Urunani rw’abatavuga rumwe na leta rwandikiye ONU
Urunani CNARED ruhurikiyemwo abanyepolitike ba barundi batavuga rumwe na leta ya Gitega, rwandikiye inama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi. Muri urwo rwandiko, CNARED ivuga ko ivya gateka ka zina muntu bitifashe neza muri kino gihe hasigaye amezi make ngo amatora abe hano mu gihugu. Igafatira Ku bitero vyabaye muri iyi iheze mu makomine y’intara ya Bujumbura. Bikavugwa ko mubari bateye hari abishwe bafashwe. Urwo runani rukaba rutibagiye kugaruka Ku banyepolitike 6 bimwe impapuro zinzira n’ubuserukizi bw’uburundi muri Uganda mugihe izo bari basanganywe zataye igihe. CNARED ikavuga ko muri abo bari batashe kwitegurira amatora harimwo icegera ca 2 c’uwurongoye urwo runani  cokimwe n’umukomiseri ajejwe ivy’ibiganiro. CNARED ikabwira ONU ko ako ari akarenganyo kubona babuzwa gutaha mu gihugu ca mavukiro, abo banyepolitike bakaba n’ubu bakirindiririye i Kampala ko bahabwa impapuro zinzira kugira bazobone kugaruka hano mugihugu. Urwo rwandiko CNARED ikaba yarwanditse mugihe inama nkuru ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi ija gukorana kuri uyu wagatatu kandi ikaja kuvuga no k’uburundi.
Umugambwe FNL urashima icuka kiri mu gihugu 
Mugihe hasigaye amezi abiri kugira abarundi baje mu matora y’2020.  Kubw’umukuru w’umugambwe akaba n’umukandida wa FNL, Jacques Bigirimana, akavuga ko ico cuka ciza kiva Ku ngendo nziza y’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwama bwahuje abanyamigambwe kugira bayage Ku koba gahaze. Bigirimana agashimira ba bulamatari b’intara kubera bohereza impapuro zikenewe kugira bitoze mu matora y’imirije.  Umukuru wa FNL akanegura ba Musitanteri bari ku rushi bakigorana mu gutanga impapuro abakeneye kwitoza barondera. Akabasa kw’ikubita agashi ataruko ba bulamatari bakabahimiriza gukora neza. Mukiganiro n’abamenyemakuru co kuri uyu w’Imana itarike 23 Ruhuhuma, umukuru w’umugambwe FNL akaba yaboneyeho kwakira n’abanamarimwe bashasha binjiye bari banzwe ari indongozi mu migambwe ya RANAC, Frodebu Nyakuri, CDP n’abandi rero batashe kumenyesha imigambwe baje bavamwo.
Abashaka  kwitoreza kuyobora igihugu barabandanya imyiteguro y’amatora 
Umukuru w’umugambwe CNL akaba n’umukandida wuyo mugambwe mu matora y’umukuru w’igihugu, itrike 20 Rusama uwu mwaka, Agathon Rwasa, yaraye abaye uwa mbere mu gutanga ingwati y’amafaranga imiliyoni 30 z’amafaranga y’uburundi. Ayo mafaranga, Rwasa yayatanze kuri konte ya leta iri mw’ibanki nkuru y’igihugu BRB. Agiheza kuyatanga ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri itarike 18 Ruhuhuma, yamenyesheje ko ari igikorwa gisanzwe kijanye no kwitegurira amatora yimirije mugihe aheruka gushirwa imbere n’Inyakamugayo. Urupapuro rwemeza ko warishe iyo ngwati ni kimwe mu bisabwa n’umugwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI, abashaka kwitoza. Nayo umukandida w’umugambwe CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye yagiye kwisuzumisha kwa muganga muntumbero yokurondera urupapuro rwerekana uko amagara yiwe yifashe. Igipapuro cerekana ko uwushaka kwitoza amagara yifashe neza ni kimwe mu mpapuro umugwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora, CENI, usaza abo bashaka kwitoza. Ni mugihe umugwi CENI  mu gitondo co kuri wa kabiri warakoranije abanyepolitike baserukira imigambwe n’abigenga kugira batore ibimenyetso bazokoresha hamwe n’inomero zerekana uko ibimenyetso bazokoresha kw’ikarata imwe y’itora, bizokurikirana.
Agathon Rwasa niwe yagenywe n’inyankamugayo za CNL kugira azohagararire umugambwe mu matora y’umukuru w’igihugu yimirije
Mw’ijambo rigufi ashikirije Inyankamuyo zihejeje Ku mwizera. Agathon Rwasa avuze ko kugena umukandida wa CNL ari iyindi ntambwe yerekana ko umugambwe CNL witeguteriye kuja mu matora ya 2020, ati abiyumvira ko bazoyiba abarundi ntibazobemerera.  Rwasa ati :"Abiyumvira ko bahambaye baze bubahe ivyavuye mu matora kuko ijwi ry’intwazangabo, iry’umushikiranganji, Iry’umushomeri, umwungere n’iry’umurimyi arangana’’. Akaba atibagiye kugaragaza akababaro kajanye n’abanywanyi biwe bama ’’bahohotewe’’ ndetse ngo bakicwa n’ingoro z’umugambwe wiwe zama zabomowe. Mukurangiza yasavye Inyankamugayo kuzoja hamwe n’abandi barundi mu gusibura amabarabara y’imigenderanire narirya ibikorwa vyokwiyamamaza bizoba mu rushana.
Umwe mubirukanywe muri CNDD FDD yemeye ko agiye gutaha inyuma y’imyaka 5
Uwahoze arongoye umugambwe uri Ku butegetsi CNDD FDD, Jérémie Ngendakumana, aremeza ko agiye gutahuka mu gihugu c’amuvyaye, Uburundi. Avuga ko azoba atashe nk’umunyapolitike ashaka kuja mu matora y’uwu mwaka, mu ntumbero yoguterera mukwubaka igihugu ca mwibarutse. Amakuru dukesha ikinyamakuru Iwacu, Jérémie Ngendakumana arahakana ko atazoshikira mu mugambwe yahoze aramutswa kuko asanzwe ngo yarawirukanywemwo.
Akavuga ko azoraba izindi nzira zishoboka kugira abandanye akina politike. Akamenyesha ko agiye gutahuka atabwoba kuko atahameze neza gusumba iwanyu. Igihe yirukanwa mu mugambwe mu mwaka w’2015, yari i Arusha aho yakorera nk’umushingamateka w’afrika y’ubuseruko EALA. Akaba yaciye afata inzira y’ubuhungiro aja mu bubiligi. Mu minsi ishize hakaba hari amakuru yakwiragiye Ku mbuga ngurukanabumenyi avuga ko yashinze umugambwe PDG Girubuntu.
Ibiro politike canke Komite nkuru yemeje namwe ni mukome amashi
Mu mpera z’iyi ndwi imigambwe igera kuri itatu yaratanze abazoyiserukira mu matora y’umukuru w’igihugu y’itarike 20 Rusama 2020. Ku munsi wa gatandatu, umugambwe w’Abadasigana UPRONA warakoze ikoraniro kaminuza ridasanzwe maze icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo, abadasigana bamushira imbere kugira aje ku rutonde rwaharanira kuja kwicara ku ntebe yo Kwa Ntare Rushatsi. Abadasigana bari bemerewe kwitaba ikoraniro kaminuza bazananye imihingo y’igihugu cose bahuriye ku kibuga c’umupira kiri muri zone Ngagara, inyuma yokubwirwa izina n’umukuru w’umugambwe Abel Gashatsi ryemejwe na Komite nkuru y’umugambwe  rya Gaston Sindimwo, abo baciye basabwa nabo ko bokoma amashi menshi mu ntumbero yo ku mwemeza.
Bukeye bwaho Ku munsi w’Imana itarike 02 Ruhuhuma 2020, umugambwe FNL waratunganije ikoraniro ryitwabwe n’isinzi ry’abanamarimwe maze umunyamabanga mukuru w’umugambwe, Jeanne Ndimubandi, yarafashe ijambo agira ati : « Twararaye amajoro twiga ama dosiye agera kuri ane y’abari bifuza kuzoserukira umugambwe mu matora y’umukuru w’igihugu. Ico FNL na UPRONA bahuriyeko n’uko mubifuza guserukira iyo migambwe hose harimwo umukenyezi umwumwe kandi bose bakaba bakuwemwo n’imyaka idashika 40 isabwa n’amategeko kugira uje muhiganirwa intebe y’umukuru w’igihugu. Havuye hemezwa Jacques Bigirimana, asanzwe arongoye umugambwe FNL. Naho nyene hakaba hemenyejwe komite nkuru y’umugambwe ariyo yacaguye izina rimwe ishikiriza abanamarimwe kugira baryemeze mu gukoma amashi. No mu mugambwe CDP,  inserukarukamvye zaremeje ku munsi w’Imana  zaremeje Annicet Niyonkuru kugira azoserukire umugambwe mu matora y’umukuru w’igihugu. Abakurikirana ivya Politike y’igihugu bakabona ko demokarasi   iguma isubira inyuma mu migambwe, kuko itora ry’abazoserukira imigambwe  mu matora y’umukuru w’igihugu ahenshi rigenda ribera mu ma komite makuru y’imigambwe. Ariko bagashima ko imigambwe isigaye itumirana mu bikorwa vyayo.
Ikoraniro kaminuza rya CNDD FDD ryemeje ko imigenderanire y’ibihugu ikwiye kuba ku nyungu za bose atabugunge bugiyemwo
Umugambwe CNDD-FDD waraye umenyesheje abarundi n’abanyamahanga ko atari agaseseshwa rumuri imigenderanire  hagati y’uburundi n’igihugu c’urwanda ko yatosekaye. Nancy Ninette avugira umugambwe CNDD FDD akavuga ko bigaragarira mu bitero ico gihugu ngo cakoze ku Burundi. Uwo mugambwe uri kubutegetsi ugashimira leta y’uburundi ko itafashe ingendo yokugira ingere kuyindi mu gutera urwanda. Ahubwo leta ko yobandanya ingendo yokuza irataka amakungu. Muri iryo tangazo rirangiza ikoraniro kaminuza ry’umugambwe CNDD-FDD, uwo mugambwe urizera ko igihugu kibanyi c’urwanda « ari naco nyirabayazane » kizofata ingendo yokubana neza n’ibihugu bihana imbibe. Kubijanye n’imigenderanire hagati y’uburundi n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa bulaya, Umugambwe CNDD-FDD ukababazwa n’ingingo « zagahotoro » zafatiwe uburundi ariko rero uwo mugambwe ugashimira bimwe mu bihugu vya bulaya vyikubise agashi ngo mu kwemera ko vyihuse mugufata izo ngingo, « ibigarura icizere ko imigenderanire hagati y’uburundi n’ubumwe bwa bulaya ishobora kunaguka ». CNDD-FDD ikababazwa nuko uburundi bugumizwa ku rutonde rw’ivyigwa mu nama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi. Uwo mugambwe ugasaba ko leta yobandanya isigurira ibihugu biri muri iyo nama ya ONU ko amahoro n’umutekano bikwiye mu gihugu. Kubijanye no gushiraho leta imwe ya Afrika y’ubuseruko,  CNDD-FDD  ihanura leta y’uburundi ko yovyitondera nyabuna hakabanza gukorwa ibindi vy’ihutirwa nk’ugushiraho ihera rimwe, ishirahamwe rimwe ry’amakori n’isoko rusangi. Ni mugihe abahinga ba Afrika y’ubuseruko bari bamaze iminsi hano mugihugu  c’uburundi biga ibijanye n’ugushiraho ibwirizwashingiro ryogenga iyo leta imwe ya Afrika y’ubuseruko.
Ikoraniro kaminuza ridasanzwe ry’umugambwe CNDD FDD ryari ririndiriwe cane rya baye.
Inyuma y’amasengesho mpuzamadini yari yatanguye itarike 23  kugeza kurya 25 Nzero uwu mwaka, habaye Ikoraniro kaminuza ridasanzwe rya CNDD FDD kuri uyu w’Imana. Ikoraniro ryemerejwemwo Général Major Evariste Ndayishimiye kugira azohagararire umugambwe CNDD FDD mu matora y’umukuru w’igihugu yimirije. Agiheza kwemezwa yamenyesheje ko azogerageza kugira ikirenge muc’uwagiye gusubirira umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ati :"Ngiye gutangura kwimenyereza gukora nkawe".
Umugambwe CNDD FDD wamenyesheje Aho uhagaze kubijanye n’imigenderanire. Nancy Ninette Mutoni ajejwe kumenyesha amakuru muri CNDD FDD, asoma itangazo rirangiza Ikoraniro kaminuza ridasanzwe, yagize ati :" Dushigikiye ugufashanya hagati y’ibihugu bishingiye Ku kwubahana". Iryo koraniro rikaba ryitabwe cane n’abaserukira ibihugu vya buraya hano mu Burundi. Hakimenyekana  uwushizwe imbere muri CNDD-FDD, abagumyabanga Bari bazindutse bahurira Ku mirwa mikuru y’intara zose baciye batamba baratarika bigina uwo azobahagarira mu matora ya 2020. Evariste aje yiyongera kuri Léonce Ngendakumana azitoza kw’izina rya SAHWANYA FRODEBU, Keffa Nibizi azoserukira SAHWANYA FRODEBU NYAKURI,  umupfasoni Félicité azitoza kw’izina ry’umugambwe APDR, Aboudoul Kassim azoserukira UPD Zigamibanga n’uwigenga umwe.
CNDD FDD :Evariste Ndayishimiye yatorewe kuzokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu 
Mw’ikoraniro kaminuza ryabaye kuri uyu w’Imana mu ntara ya Gitega, abagumyabanga bashize imbere uwari umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD Evariste Ndayishimiye kugira aze yitoreze kurongora igihugu.
Iryo koraniro ryari ryitabwe n’abatumire ahatwovuga imigambwe iri Ku butegetsi muri Congo Brazzaville, Cuba, Turquie, Tanzaniya, umugambwe wa Joseph Kabila n’amategeko hano mu Burundi nka FNL, UPRONA, RADEBU n’iyindi. Abaserukira ibihugu vyabo hano mu Burundi nkabose nabonyene bari bishikiye i Gitega mw’ikoraniro rya CNDD FDD. Uwo mugabo w’imyaka 52  agize 6 mubifuza intebe y’umukuru w’igihugu. Uwuzogira amahirwe yo gutorwa akazotwara imyaka 7.
Umugambwe FNL wakiriye abanywanyi bashasha barenga 130 
Umugambwe FNL waramutse ugira ikiganiro kaminuza ryawo risanzwe kuri uyu w’ Imana itarike 19 Nzero 2020, nino muri iryo koraniro hakiriwe abanywanyi bashasha bagera 134 bari barongoye abandi mu migambwe itandukanye.   Umugambwe  CDP ni nawo wavuyemwo benshi abagera ku 90, indongozi z’umugambwe Frodebu Nyakuri 17 zivuye mu ntara za Muyinga na karusi.
Abarongoye abandi 25 bo mu mugambwe RANAC binjiye muri FNL nayo abanywanyi babiri bandi bavuye muri CNL na CNDD FDD. Umushingwamanza David Dusabe yaserukiye abinjiye muri FNL bavuye muri CDP, yabanje kwerekana abagera kuri indwi batahukanye 11 kigarama 2019 bava iyo bari barahungiye. Aca yerekana n’abandi bari barongoye CDP mu ntara zitandukanye bashimye kwinjira muri FNL. Yaciye aboneraho guhakana KO batakurikiye amahera ngo kubera umukuru wa FNL atadandaza kandi atari umugwizatunga kuko ari umukozi wa leta nkabandi.
Mu mvugo ngereranyo, yagize ati umunyepolitike ni nk’umurimyi ararima ariko abonye aho arima bitamera arunguruza. Mw’ijambo ryiwe, umukuru w’umugambwe FNL,  Jacques Bigirimana, yahaye ikaze abo binjiye abasaba kuzozana n’abandi. Yaciye agirako abwira abanywanyi ba FNL nabo bashasha ko  boja gutakambira incuti, ababanyi n’abagenzi kugira bazotore FNL mu matora y’imirije. Yarangije amenyesheje ko itarike 02/02/2020 ko ariho hazomenyekana uwuzokwitoreza kurongora igihugu Ku w’umugambwe FNL.
Ugukezwa n’abantu batandukanye biha icizere kingana gute uyu yatorewe kuba umukuru w’Igihugu hamwe nabo agiye kuyobora
Inyuma yaho umugwi w’igenga ujejwe gutunganya amatora CENI utangarije ibiharuro vy’imfatakibanza kw’igenekerezo rya 25 Rusama 2020 bigatuma umugambwe CNDD FDD ariwo utahukana intsinzi n’ikibanza c’umukuru w’igihugu, nya kibanza nyene kigiye kwicarwamwo na General Major Evariste Ndayishimiye, abatari bake kugeza ubu maza bamaze gutanga ubutumwa bwo gukeza uwo murongozi mushasha mu mabanga yiwe buca atangura. Murabo twovuga nk’umugwi w’abaserukira ibindi bihugu ngaha mu Burundi vyaba ivyo muri Afrika, Amerika,Aziya ndeste na Buraya. Umuryango wa EAC Uburundi busanzwe buhurikiyemwo tudasize inyuma Ubushinwa bose babandanije gukeza abarundi n’umukuru w’igihugu mushasha. Hariho kandi abahiganywe mw’ayo matora nyene nuwo yaraye atsinze, hafi ya bose kugeza ubu bamaze kumukeza havuyemwo umugambwe CNL kugeza ubu utemera ivyavuye mu matora ukanavuga ko ushobora kwitara kugira utunganirizwe. Inzego zitandukanye ngaha mugihugu ziza zamaze kumukeza tudasize inyuma n’ibihugu bimwe bimwe nka Somaliya n’ibindi. Ukwo gukeza uwo murongozi aba n’abandi babinonamwo icizere kidasanzwe ku Burundi kuko vyibonekeza ko hari akunguko abarundi bagiye kuharonkera ari navyo bishobora guha intege zidasanzwe uwo murongozi kuko azoba ariko akorera mu cuka ciza hirya no hino ndetse no mu makungu bamushigikiye. Abarundi batari bake baza bamaze gutangura kwizera ko imyaka indwi iri imbere izovamwo ikintu kidasanzwe mw’iterambere ry’igihugu hamwe no mu migambi yo kunywanisha abarundi mu gihe uwo yatowe bitegekanijwe ko azotangura ayo mabanga mashasha kuva igenekerezo rya 20 Myandagaro 2020. Twokwibutsa ko aya matora araye arangiye ari amatora adasanzwe atandukanye n’ayaheruka yo muri 2015 ku kungene yitabiriwe na bose kandi ntihagire n’abidombora ku munota wa nyuma imbere y’uko ifirimbi ya nyuma ivuga kandi ni nayo matora abaye abarundi benshi bari mu gihugu.
CENI iti : hari imirwi y’abazoba barekuriwe gutorera aho bageze hose bivanye n’akazi bakora
Kubera imvo zakazi, iyi mirwi y’aba bantu iremerewe kuzotorera aho bageze atari aho biyandikishirije nkuko bimenyeshwa n’umurwi ujejwe gutunganya amatora mu Burundi CENI Mu matora yo kuri uyu wa gatatu i genekerezo rya 20 Rusama 2020, umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI wasohoye urutonde rw’imirwi y’abantu bemerewe kuzotorera aho bageze atari aho biyandikishirije kubera imvo z’akazi. Abo nabo akaba ari abakozi ba CENI, CECI, CEPI, abashoferi babo, ababacungira umutekano n’ abagize ibiro vy ’itora. Uyundi murwi ukaba ugizwe n’abakozi ba CENI bari kugenzura uko amatora ariko aragenda, abajejwe umutekano bazoba bari gucungera amatora, abajejwe gucungera umutekano w’abategetsi hamwe n’abashoferi babo, abarundi biyandikishirije hanze y’igihugu ariko batashe mu gihugu hamwe n’abarorerezi bemerewe na CENI. Umurwi wa gatatu ugizwe n’abamenyeshamakuru bari gukurikirana amatora, abazoba baje gucungera  amatora batumwe n’abitoza, abashoferi bunguruza abantu bafise impusha za CENI canke CEPI hamwe n’abasirikare ,abapolisi bari mu bigo vy’inyigisho.
Ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza bwagize ico buvuga kukugene imyiyamamazo yagenze 
Kuri uyi wa mbere i genekerezo rya 18 Rusama 2020, ubushikiranganji bw’umutekano mu Burundi bwasohoye itangazo aho bushima muri rusangi uko imyiyamamazo yaheze kuri uyu w’Imana yagenze mugabo bukagaya inyifato y’abanywanyi b’imigambwe imwimwe  bahungabanije umutekano mu bice bimwe bimwe vy’igihugu. Kubwivyo, ubwo bushikiranganji buragabisha umuntu wese azokwiyumvira guhungabanya umutekano kuri uyu wa gatatu i genekerezo rya 20 Rusama, umusi uzoberako amatora na cane cane abanywanyi b’imigambwe CNL na UPRONA. Ubwo bushikiranganji bw’umutekano buheraheza bw’ibutsa abatwara ama motos, TukTuk n’amakinga yunguruza abantu ku mahera ko kuri uyo musi nahone batemerewe kw’injira hagati mugisagara ca Bujumbura.
Dieudonné NAHIMANA arashima ingene ukwiyamamaza kwiwe kuriko kugenda mu gihugu hose
Kuri uyu wa mbere i genekerezo rya 11 Rusama, uwigenga mu matora y’umukuru w’igihugu yo kuwa 20 Rusama 2020 Dieudonné NAHIMANA, yarahaye ikiganiro abanditsi n’abamenyesha makuru bakorera mu ntara hagati, aho muri rusangi, ashima uko yakirwa n’abenegihugu be n’abajejwe intwaro mu turere twose akoreyemwo. Yarashikirije imigambi ategekaniriza Abarundi niyatorwa yongera arasaba abamwumva bose ko bogumana iteka mu gihe c’imyiyamamazo, ku munsi w’itora bakazohitamwo uwo babona ko azobazanira impinduka nziza ku buryo mu myaka indwi ikurikira, Umurundi wese azobaho aroraniwe  muri vyose.
Imigambwe iratanguye gufasha mu kurwanya ikiza coronavirus
Umugambwe APDR- urunani rw’amahoro n’ugusubizahamwe wafashe ingingo yoguhagarika inama zose zatunganywa n’uwo mugambwe haba mu gihugu canke hanze yaco zitumweko n’inzego izarizo zose, kiretse ayatumwako na leta canke umugwi w’ingenga ujejwe gutegura amatora CENI.  Uwo mugambwe wahagaritse kandi ingendo abategetsi bawo bagira hagati mu gihugu, umenyeshako ukwa kwira banywanyi mu ngoro y’umugwa yategerezwa kuba imetero irenga hagati y’uwakira n’uwakirwa. Umugambwe APDR-urunani rw’amahoro n’ugusubizahamwe ukavuga ko izo ngingo zifashwe mu ntumbero yo kurwanya ikwirakwira ry’ingwara y’ibicurane Coronavirus kandi ko zizomara iminsi 15. Izo ngingo zikaba zateweko umukono n’umukuru w’umugambwe, Gabriel Banzawitonde. Ukaba ubaye n’umugambwe wa mbere ufashe ingingo nkizo.
Umukuru w’umugambwe FNL arabeshuza
Guhera ku mugoroba wokuri uyu wa kane, itarike ya 12 Ntwarante, hari amakuru yakwiragiye Ku mbuga ngurukana bumenyi avuga ko umukuru w’umugambwe FNL, Jacques Bigirimana, yarengukijwe mu biro vy’igendereza biri muri zone ya Ngagara quartier ya 10, kugira abazwe ibijanywe n’amafaranga y’ama dollars agera Ku bihumbi amaja atatu(300 000$), ngo yanyuruje mw’ishirahamwe rihingura icayi, OTB, asanzwe arongoye afashanjije ngo n’uwundi mukozi akomeye wo muri iryo shirahamwe. Ayo makuru nyene yabandanije avuga ko bahatswe gufungwa ariko umwe mu bihangange mu mugambwe CNDD-FDD akaba ariwe abibuza ko ariko bategetswe kuriha vuba bwango n’umukozi w’iperereza yabumvirije, abakwiragije ayo makuru bakanavuga ko ariyo mvo yakuwe mu bitoza n’umugwi CENI.
Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Jacques Bigirimana aramutswa umugambwe FNL akaba  yashizwe imbere ngo ahagararire umugambwe FNL mu matora y’umukuru w’igihugu yimirije, arabeshuza yivuye inyuma ayo makuru. Akagira ati :" Ntahantu nahamwe n’igeze ndengutswa haba no mw’iperereza kuri dosiye iyariyo yose, noneho nta na konti y’ama dollars ishirahamwe OTB rifise kuko amafaranga yose ya ma dollars ashirwa mw’ibanki nkuru y’igihugu BRB kandi ntashirahamwe na rimwe rya leta canke uwuritwara ashobora gukura ayo ma dollars kuri konte’’. Akamenyesha ko amakuru ariko arakwirakwizwa ari ibihuha gusa, bikorwa Ku mvo za politike.
Umuririmvyi yaririmbira CNDD-FDD yahagaritswe kuririrmbira CNDD-FDD
Umuririmvyi Ndihokubwayo Désire batazira Gentil yaririmba indirimbo zihayagiza umugambwe CNDD FDD nk’izwi igira iti :" Agati gateretswe n’Imana ntigahenurwa n’umuyaga’’, yahagatswe kuririmbira  umugambwe CNDD-FDD ndetse hahagarikwa n’ukuririmba indirimbo ziwe.  Imvo yiryo hagarikwa n’ukuba yaririmbiye UPRONA mw’ikoraniro kaminuza ry’itarike 1 Ruhuhuma uwu mwaka aho yaririmvye agira ati :"Gaston Sindimwo tuzomutora niwe Rwagasore wa kabiri, ivyo CNDD FDD ibona ko ari ukugoka. Uwo muririmvyi yabujijwe no gusubira gushika mu bibanza bitegurirwamwo indirimbo z’uwo mugambwe. Umu komiseri Athanase Hatungimana yateye umukono kuri urwo  rwandiko rumuharika, yarangije amenyeshako izo ngingo zafashwe kugira abaririmvyi ba orchestre Akarere bagume batekanye mugukuramwo uwagiye kunuranura hanze ruhongore rutazimiza CNDD-FDD". Kuri uyu wa kane mu gitondo, hakaba humvikanye Ku rubuga rwa Twitter amajwi y’uwo muririmvyi Gentil avuga ko naho yaririmbiye UPRONA ko akiyoboka  CNDD-FDD, ko yaririmvye iza UPRONA kugira yicire amafaranga gusa.
Umugambwe FNL uzoshira Aho sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwanshingiro izoshira
Umukuru w’umugambwe FNL, Jacques Bigirimana, amenyesha ko bagiye kwitura sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwanshingiro kugira yihweze ingingo y’umugwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI. Bigirimana akavuga ko umugwi CENI wabahoye kuba batubahirije ibijanye n’ubwoko n’ibitsina mu gutanga ahagararira uwifuza kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, ibihakanwa n’uwo mutegetsi. Ivyo umukuru wa FNL asanzwe ari nawe yari yashizwe imbere ngo ahagararire umugambwe mugihiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu yabivugiye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu. Bigirimana akavuga ko atazogwana, ko azoshira aho sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwanshingiro izoshira kuko nkuko yavyivugiye " ntacerekana ko ayo matora yoyatsinze" .  Ati :" Nkahamwe sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwanshingiro yoruca ivuga ko yemeje ingingo ya CENI, abanywanyi ba FNL bazifata nkuko bokwifashe barushijwe". Bigirimana yamenyesheje ko FNL yatanze intonde zabazitoza mu bajenama ba komine Ku rugero rwa 99 kw’ijana  Akaba yaboneyeho kubeshuza i vidéo iriko iraca Ku buhinga bwa none ivuga ko FNL yikuye mu matora yose, ati iryo n’irementanya ririko rikorwa n’abansi ba FNL.
Ibisikanya mu mabanga y’umwibutsamana mukuru mu gisirikare 
Kuri uyu w’Imana i genekerezo rya 8 Ntwarante umwaka wa 2020, niho haba ibirori vyo gushimira Imana ku myaka 26 yari iheze Patiri "Gacukuzi Adelin" agenwe mu butumwa bw’ubwibutsamana mu gisirikare c’Uburundi, Kakaba kari n’akaryo ko kwakira umwibutsamana mushasha aje kumukorera mu ngata ariwe Patiri "Albin Mananzigamira".  Ibirori vyo kubisikanya bikaba vyabereye kuri Paruwasi "Christ Roi" y’Akarere ka  mbere ka gisirikare mu Kinanira ca 4, bikaba vyitabwe n’abanyacubahiro batandukanye muri reta y’Uburundi no mu gisirikare nka Evariste Ndayishimiye(Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD), Umushikiranganji wo kwivuna abansi no kwitaho abahoze k’urugamba, bikaba vyari birongowe na Nyen’icubahiro umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura "Gervais Banshimiyubusa" Mu nsiguro y’ijambo ry’Imana ry’uwo musi, Musenyeri Banshimiyubusa yasavye abakristu muri rusangi kwama bumvira akamo k’Umukama nka sokuru w’abemera Aburahamu.
Patiri Gacukuzi nawe, mw’ijambo ryiwe yakengurukiye  Imana  yo yamwitoreye ikamuzigama mu bihe bikomeye yaciyemwo mu myaka mirongo 30 amaze yatiwe mu busaserdoti hamwe n’imyaka 26 amaze ari Umwibutamana. Kubwa Patiri Albin Mananzigamira agiye gufata ayo mabanga, yashimiye Imana ku butumwa bushasha Imana imuhaye ndetse  yemerera igihugu c’Imana kuzoca mu makanda y’uwo aje gukorera mu ngata kandi ko azokomeza igikorwa co gukiza imitima y’abo aje gusukurira. Tubamenyesha ko Patiri "Adelin Gacukuzi" agiye kubandaniriza ubutumwa bwiwe mu gihugu c’Ubufaransa aho ahiye kumara
imyaka ibiri.
Domitien Ndayizeye yahoze arongoye uburundi agiye guhiganirwa intebe y’umukuru w’igihugu
Mukiganiro n’abamenyemakuru, Aloys Baricako arongoye umugambwe RANAC n’urunani Kira-Burundi, yamenyesheje ko Uwahoze arongoye uburundi Domitien Ndayizeye ariwe urwo runani rwashize imbere kugira azoharanire kurongora igihugu hambavu y’abandi 12 bamaze kumenyesha Ku mugaragaro ko bifuza kuramutswa ingoro yitiriwe umwami wa mbere w’uburundi Ntare Rushatsi. Baricako akamenyesha ko bamugomwe mu bandi benshi bavyifuza ariko bihweje neza basanze atabushobozi buhagije bararonka. Avuga kuvyavuzwe n’umugambwe CDP, uheruka kwikura mu runani Kira Burundi, ko ata matora yabaye mukugena uwobaserukira, Aloys Baricako avuga ko amasezerano bateyeko umukono ko avuga ko hazokoreshwa umwumvikano. Ati Kira noneho :"Niyo haba amatora CDP ntiyari gutsinda imigambwe itatu bari basangiye urunani rwari rugizwe n’imigamwe 4  mugihe 3 yari yemeje Domitien Ndayizeye". Uwo mugabo w’imyaka 67 avuga ko afise ishaka n’inguvu bihagije kugira ateze imbere igihugu. Akaba yavuze kandi ko urwo runani rwa bimusavye nagasanga atokwanka ivyo abarundi avuga ko asanzwe akunda bari bamusavye. Yashikirije kandi ko uburundi mugihe yokwizerwa butegerezwa kugaruka kunzira y’amasezerano ya Arusha. Domitien Ndayizeye akaba yarabaye icegera c’umukuru w’igihugu Ku ntwaro ya Majoro Petero Buyoya munyuma aba umukuru w’igihugu mu kiringo c’imfata kibanza inyuma y’amasezerano ya Arusha yo mu mwaka w’2000.
Imyiyerekano yateguwe na Martin Fayulu yabujijwe
Mu gisagara ca Kinshasa muri Repubilika iharanira demokarasi ya kongo, niho hari hategekanijwe imyiyerekano yatumweko na Martin Fayulu atavuga rumwe na leta ya kongo, n’ubu yemeza ko ariwe mukuru w’igihugu yatsinze amatora yo muri kigarama 2018, akaba yari yatunganije iyo myiyerekano nkuko yabivuze kugira yifatanye n’abanyagihugu bo mu buseruko bwa kongo bakorerwa ubwicanyi, yongera yiyamiriza imigambi yogucamwo ibice igihugu ciwe.
Imisa yo gushimira Imana iheze, Martin Fayulu, nabamwegereye cokimwe na bayoboke babo batari bake baciye bihereza ibarabara ryitiriwe Lumumba. Bose bari bambaye impuzu zera,bagitangura imyiyerekano igipolisi caciye kihashika gitegeka Martin Fayulu kwurira mu modoka. Abayoboke biwe bakaba baciye bayikurikira baririmba. Mugihe kuri uyu wa gatanu itarike 17 Nzero ariho hibukwa umushikiranganji wa mbere wa Kongo Patrice Lumumba yishwe mu 1961, umukuru w’igisagara ca Kinshasa yari yabujije iyo myiyerekano. Abari baje mu myiyerekano babwiye abamenyeshamakuru bati : « Turiko turiyerekana mu mahoro, ntimubona ko umukuru w’igihugu yatowe igipolisi kiriko kiramuherekeza neza ». Ivyuka bikoroza amasozi vyahavuye biterwa n’igipolisi, hari nabatawe muri yompi, ico gihe niho umushingamateka woku rwego rw’igihugu Ados Ndombasi yahenurwa aratemba aca avuga ati : « Twebwe turiko tugenda dutekanye none igipolisi kiraje kudutera ubwoba. Nticubaha n’abashingamateka batowe ku rwego rw’igihugu, birababaje ». Bageze nko ku metero 300, igipolisi cateye ivyuka bikoroza amosozi vyanyuma, imodoka Fayulu yari yashizwemwo n’igipolisi ica ihindura inzira mu muvuduko munini ica i mushikana kw’ihoteli yiwe yitwa Faden House. Aho niho yashikirije ubutumwa bwari bugenewe umukuru w’igihugu Felix Tshekedi buvuga ko yovavanura nivyo yumvikanye n’uwahoze atwara kongo Joseph Kabila, akongera akamenya ko abanyekongo bose babahinyuye. Martin Fayulu akaba ategekanya kuja muri Mbandaka mu ntara ya Equateur imbere yuko uku kwezi guhera.
Umuyobozi wa Radiyo Isanganiro asaba irekurwa ry’umumeshamakuru Kararumiye
Sylvère Ntakarutimana arongoye Radiyo Isanganiro aremeza ko inkuru yatumye umumenyeshamakuru Blaise Pascal Kararumiye atabwa muri yompi, atakosa na rimwe ry’umwuga yayisanzemwo incuro zose amaze ku yumviriza. Ivyo Sylvère Ntakurutimana yabivugiye kuri iyo radiyo arongoye kuri uyu wa gatanu itarike 17 Nzero. Agasaba ko yorekurwa.
Umumenyeshamakuru Blaise Pascal Kararumiye akorera isanganiro mu ntara ya Karusi, yahagaritswe ku mugoroba wo kuri uyu wa kane, inyuma y’inkuru yari yakoze, iyo nkuru nayo ikaba yavuga ko abasitanteri bamwe bamwe bo mu ntara ya karusi bariko baragurira ibibuguru vy’ingurube abanyagihugu bari muri koperative Sangwe bahawe, ku mahera make kandi vyari bisanzwe bibujijwe ko ivyo bibuguru bigurishwa. Ivyo bikaba vyari vyavugiwe mu nama yagirishijwe na Bulamatari Calenie Mbarushimana. Umumenyeshamakuru Kararumiye akaba yahagaritswe inyuma yokwumvirizwa n’umushikirizamanza. Kugeza ubu indongozi z’intara ya Karusi ntibaravuga ikosa ryakozwe n’uwo mu menyeshamakuru, eko n’urwego rujejwe gucungera uko amakuru atangwa CNC ntiruravuga ko hoba hari ikosa ry’umwuga ryakozwe mu nkuru yatanzwe n’uwo mu menyeshamakuru.
Imigambwe igera ku ndwi yagize urunani kugira izojane mu matora ya 2020
Imigambwe yagiye hamwe ni RADEBU, PMP, INKINZO, FROLINA, KAZE-FDD, PL na PIEBU, iyo migambwe yatoye izina ry’imfatakibanza « COPA 2020 ». Mu kiganiro iyo migambwe yahaye abamenyeshamakuru ku muhingamo wo kuri uyu wa gatanu itarike 17 Nzero 2020, Umuvugizi w’urwo runani Jean de Dieu Mutabazi yamenyesheje ko atagisivya iyo migambwe izokwitaba amatora ya 2020 bafise ikimenyetso kimwe kibaranga, n’imigambi imwe mu bisata vyose bigize ubuzima bw’igihugu.
Jean de Mutabazi akavuga ko iyo migambwe ndwi izoharanira imbono bafise ku rwego rw’umukuru w’igihugu, rw’inama nshingamateka, rw’amakomine n’imitumba. Kubijanye n’amatora y’umukuru w’igihugu, urwo runani rufise amahitamwo abiri, aha umuvugizi w’urwo runani akavuga ko babonye uwuzokwitoza azova mu mugambwe uri muyo bacuditse ashobora kuzokingira inyungu zabo za politike avuga ko batazohigimanga mu ku mushigikira. Ayandi mahitamwo bafise nkuko Mutabazi yabandanije abivuga ni mugihe bazosanga abahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu bo muyindi migambwe abadafise ivyiyumviro vyegeranye nivy’urwo runani ico gihe ngo bazoheza batore uwuzobaserukira, avuye mu runani rwabo. Abarongoye imigambwe ndwi yagize urunani bakaba kandi barumvikanye ko urunani rubandanya rwugururiye n’ iyindi migambwe yose ikeneye kurwinjiramwo kugira bazojane mu matora ya 2020, yinjire. Urwo runani rwabaye rurahabwa izina mfatakibanza COPA 2020, akaba arirwo runani rwa mbere ruvutse ku mugaragaro mu ntumbero yokuja mu matora ya 2020.
Umugwi CENI usabwa guha akandi karyo ko kwandikwa abarundi bariko baratahuka, mu bazotora
Mw’ikete umunyepolitike Patrick Nitegeka yahoze arongoye urwaruka rw’umugambwe UPRONA hano mu gisagara ca Bujumbura, muri kino gihe ari mu gihugu ca Uganda kwiga, yandikiye umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI kw’igenekerezo rya 08 Nzero uwu mwaka, rifise imvo igira iti : « Guterera iciyumviro kugikorwa co kwandika abazotora na cane cane abarundi bagitahuka ».
Nitegeka avuga ko yisunze ibiharuro, ko abarundi batahutse kuva mu kwezi kwa Nyakanga kugeza mu kwezi kwa Gitugutu 2019 bari hagati ya 409 na 6 500 ku kwezi ku kwezi. Uwo munyepolitike amenyesha  kandi ko ni nyuma y’ikiringo CENI yari yongeye abahungutse, ca gera kw’itarike 12 kigarama, ko abarundi babandanije bahunguka hambavu yabo hakiyongerako ngo abariko baritegura gutaha, abari mu buzi hanze canke mu mashule hanze y’igihugu bazoba bagarutse mugihugu mu gihe ca matora. Agasaba ko CENI yotanga ikindi gihe co kwandika abazotora kugira nabo batari mu gihugu bagire uburenganzira bwo gutora, ariko hatabangamiwe ikiranga minsi c’amatora. Patrick Nitegeka agasaba umukuru w’umurwi CENI ko mugihe yosanga gutanga ikindi kiringo bitagikunda ko yoheza akaraba uwundi muti yovugutira ico kibazo kugira ntihagire umurundi yo kwumva ko yakumiriwe. Inyuma yiyandikwa ryabari barahunze ryabaye kuva itarike 9 kugeza kw’igenekerezo rya 12 Kigarama 2019, umukuru w’umugwi CENI Pierre Claver Kazihise yaramenyesheje ko atakindi kiringo kizotangwa kugira handikwe ababandanya batahuka.
Leta zunze ubumwe bwa Amerika ziremeza ko zishe umu général akomeye wa Iran
Mu gitero ca kozwe na leta zunze ubumwe za Amerika muri irake, mu gitondo co kuri uyu wa gatanu itarike 03 Nzero 2020 , hagandaguwe umu général akomeye cane wa Irani Qassem Soleimani, yararongoye ingabo zidasanzwe.
Muri ico gitero cakorewe ku kibuga c’indege, hishwe kandi umuntu akomeye mu mugwi w’abagwanyi wa Hezboollah, umuhari udacana uwaka n’igihugu ca  Israël. Ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi bwa Amerika ntibwatevye kumenyesha ko ingabo zabo arizo zakoze ico gitero kuko uwo mu général ngo yarafise imigambi yokugirira nabi abanyamerika bari muri Irake no mugice iherereyemwo, ivyemejwe na Mike Pompeo icegera c’umukuru w’igihugu Donald Trump. Muri Irani bakaba bamaze kumenyesha ko bazokwihora. Abicishijwe ku rubuga rwiwe rwa twitter, umukuru w’igihugu Donald Trump yamenyesheje ko « Soleimani yategerezwa kuba yarishwe kera ». Kubijanye n’uko Irani ivuga ko izihora, Donald Trump acishije kuri twitter nyene yavuze ko Irani itarigera itsinda intambara ariko ko izi kuganira.
Imigambwe mike niyo imaze gutanga abazohiganirwa kurongora igihugu
Amatora ya 2020 asigaje amezi agera kuri ane n’iminsi , kuko ategekanijwe itarike 20 Rusama 2020. Mu migambwe ishika 35 yemewe n’amategeko hano mu Burundi, iyigera kuri ine yonyene niyo imaze kumenyesha abazoyihagarira mu mukwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu.
Iyo nayo ni APDR yagize ikoraniro itarike 7 Mukakaro 2019, hakaba haciye hashirwa imbere umupfasoni Félicité Nibigira, akaba ari nawe mukenyezi wenyene amaze gushirwa imbere. Itarike 09 Munyonyo 2019, inziraguhemuka zihurikiye mu mugambwe Sahwanya Frodebu, zikaba zaciye zihunda amajwi Léonce Ngendakumana asanzwe ari icegera c’umukuru w’umugambwe, kugira azobaserukire mu kwitoreza kurongora igihugu mu mwaka 2020. Igenekezero rya 1 kigarama 2019, Kefa Nibizi yaremejwe n’abanywanyi ba sahwanya Frodebu Nyakuri kugira azohagararire uwo mugambwe nawe nyene mu guhiganirwa kuzorongora igihugu. Umugambwe UPD- Zigamibanga warashize imbere Abdul Kassim awuramutswa kugira nawe aje ku rutonde rwabazohiganirwa intebe y’umukuru w’igihugu, hari mw’ikoraniro ry’itarike 28 Kigarama mu mwaka waraye urangiye. Kiretse muri APDR na Sahwanya Frodebu, muyindi migambwe bikaboneka ko abanywanyi bizeye abasanzwe barongoye iyo migambwe nyene. Muyindi migambwe nka RANAC, CNL, UPRONA, niyindi iracari  mu gacerere.Akaba ata n’imigambwe iramenyesha ko izogira inani. Mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ntibaramenyesha uwuzo higanirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu,  ni mugihe Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza asanzwe ava muri uwo mugambwe yamaze kumenyesha akatari gake ko atazitoza.
Aberwa n’amatora barishiriyeho ingingo ngenderwako  zizobagenga mu matora yimirije
Mu ntangamarara abateye umukono kuri urwo rwandiko bavuga ko bafatira kubihe vy’amatora vyagiye bitosekaza umwumvikano mu barundi n’ibindi bitari bike bafatiyeko, baciye biyemeza kuzokwubahiriza umwidegemvyo wabatora  n’ukuzokwitaba ibikorwa vyose bijanye n’amatora batabaye intambamyi canke ngo baterane ubwoba.
Abateye umukono kuri urwo rwandiko bariyemeje kutazokoresha inguvu izo arizo zose ariko bakiyamamaza ku mugaragaro. Bakavuga ko biyemeje kuzorangwa n’ukwihangana haba mumvugo mu ngendo . Abajejwe intwaro bakaba biyemeje kutazobuza ama nama y’abahiganwa atamvo, ikindi abajejwe intwaro biyemeje n’ukuguma hafi kugira abakeneye impapuro zijanye n’amatora bazironke bitabagoye. Abanyamigambwe bemeje urwo rwandiko baremera kutazokwivanga mu bijanye n’itunganywa eka n’iharurwa ry’amatora. Bakaba baranahaye uburenganzira ubushikiranganji bw’intwaro yohagati mu gihugu n’umurwi ujejwe gutegura amatora CENI, bwo kuzogenzura ishirwa mungiro ry’ivyo biyemeje. Bakavuga ko bazohanwa n’amategeko asanzwe yubahirijwe hano mu Burundi, mugihe botirimuka. Urwo rwandiko rukaba rwagiriwe mu ntara ya Kayanza, rwateweko umukono n’imigambwe 30, ubushikiranganji bw’intwaro hagati mu gihugu hamwe n’amadini nka katorika na Isilamu.
Icegera ca Kabiri arahumuriza abashingamateka n’abakenguzamateka 
Kuri uyu wa kabiri itarike 17 kigarama, icegera ca Kabiri c’umukuru w’igihugu  Joseph Butore yari mu nama mu ngoro y’amakoraniro mu kigobe imbere y’abashingamateka n’abakenguzamateka,  gushikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji bwegukira ibiro vyiwe, nukuvuga ubushikiranganji buraba ibijanye n’ubutunzi hamwe n’uburaba ibijanye n’imibano.
Abashingamateka n’abakenguzamateka  bara mubajije ibijanye n’amahera ava mu butare ko yose yoba yinjira  muri leta nawe araheza arabahumuriza mu kubamenyesha ko amahera yose ava mw’idandazwa ry’ubutare ko aja mu gikega ca leta. Abo batowe n’abanyagihugu bashatse kumenya ko amashirahamwe mva makungu akora mugisata co gucukura ubutare ko ahanwa ko iyo bigaragaye ko yakoze amakosa. Joseph Butore ntiyariye umunwa mu kubabwira ko hari nayari yemerewe kugira ubushakashatsi bwahari ubutare ariko yahavuye afutwa kubera amakosa yakoze. Icegera ca Kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph Butore arashima ivyaranguwe n’ ubushikiranganji bwegukira ibiro vyiwe kuko ngo amahangiro bwari bwihaye  yashitsweko yose. Mugenzi we,  icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo nawe nyene ku munsi wa mbere itarike 16 kigarama uwu mwaka, yari mu ngoro y’amakoraniro mu kigobe guha icegeranyo abatowe  civyo ubushikiranganji 10 ajejwe bwaranguye mu mezi 6 aheze, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu akaba yahaye ama nota ijana kw’ijana ubushikiranganji ajejwe kuko bwaranguye neza ivyo bwari bwiyemeje.
Abanyepolitike batari bake bari barahunze igihugu muri 2015 baratashe
Muri abo banyepolitike batashe  aha twovuga cane cane Anicet Niyonkuru arongoye umugambwe w’inserukarukamvye -CDP. Anicet Niyonkuru ashika kuri uyu mugoroba  ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye. Niyonkuru akaba yarajejwe amabanga akomeye mu runani  CNARED, akaba yahora ari umunyamabanga nshingwabikorwa w’urunani CNARED, akaba n’umuvugizi warwo. CNARED, akaba ari urunani   rwavukiye mu buhungiro inyuma yuko abanyepolitike batari bake bari bahunze inyuma yihirikwa ry’ubutegetsi ryaburijwemwo mu mwaka wa 2015.
Nk’uko amakuru dukura mu banyepolitike  bahunze igihugu abivuga, itahuka ryabo ryabayemwo « intamabara ikomeye » aho abanyepolitike nka Onésime Nduwimana, Gervais Rufyikiri, Léonidas Hatungimana na bandi baterekwa ivyo gutaha mu gihugu, bihagurikiye bagashikira abariko barafasha abo banyepolitike bashaka gutaha, bababwira ko batofasha muri iryo tahuka « kuko abashaka gutaha baguzwe n’ubutegetsi ». « Vyarageze naho batera ubwoba abo bifuza gutaha,  bobo bavuga ko badashaka gutaha kuko  ngo batarota bemera ibwirizwa nshingiro ryatowe mu mwaka w’2018 », nkuko abaduhaye amakuru babandanije bibivuga. Iryo soko ry’inkuru ryacu rikemeza ko uwafashije kugira bamwe mu bataronderwa n’ubutungane bashobore gutaha ari umukuru w’umugambwe FNL,  Jacques Bigirimana. Jacques Bigirimana tumubajije aremeza cane ko ariwe yafashije kugira beneburundi ntibagume bagorewe mu makungu. Ahatukibutsa ko itarike 05 gitugutu uwu mwaka Anicet Niyonkuru yari yaje hano mu gihugu mu ntumbero yo kuraba ko icuka kiri mu gihugu gishobora gutuma amatora azogenda neza, ko umutekano umeze neza hamwe n’ ukuvugana n’ubutegetsi kubijanye n’itahuka rya bagenziwe, igikorwa  yari yatumwe na CNARED, yamazemwo indwi yose imbere yo kubonana n’abanywanyi biwe hanyuma agasubira inyuma, ico gihe umukuru w’umugambwe FNL Jacques Bigirimana akaba yaragiye gutegera umunyepolitike mugenziwe. Abatahutse bose hamwe ni  15, bamwe baza n’ishirahamwe ry’indege rya Kenya « Kenya Airways », abandi bakaja kuza na Uganda Air. Murabo baza na Uganda Air harimwo umushingwamanza David Dusabe azwi cane mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike. Amakuru twaronse uwo akaba yari yahungiye i Mbarara mu gihugu c’ubuganda. Akaba kandi yari mubikorwa vyofasha impunzi mu bijanye n’ubutungane. Uwundi yemeje ko yashaka gutaha ni Muganga yohani Minani ariko rero uwo intambamyi ikaba yabaye umutahe mpuzamakungu umurondera yasohorerwe n’ubutungane bw’uburundi. Abaduhaye amakuru bakavuga ko nawe nyene ubu atorohewe n’abo batarota bataha kuko ngo yamenyesheje ko yari yifuza gutaha. Abo banyepolitike bavugwa ko bariko baratera ubwoba abifuza gutaha tukaba tutashoboye kubaronka kugira bagire ico bashikirije kurivyo bagirizwa. Mukibuka ko kuva bamwe bamenyesheje ko bagiye gutaha, urunani CNARED rukaba rwaciye rucikamwo kabiri, havuka urundi runani bise CFOR rurimwo abadashaka no kwumva mu matwi ibijanye no gutahuka gutegura amatora ya 2020.
Igihano c’ugufungwa imyaka 3 ni ndishi ya kababaro irenga umuliyaridi niyo yasabiwe Kamariza
Umukenyezi Gloriose Karerwa Kamariza yumvikanye mu butumwa bw’ijwi bwigeze guhanwahanwa ku buhinga ngurukana bumenyi, atuka abakenyezi bagize ishirahamwe Femme Intwari, inyuma ya defile bari bagize kw’isabukuru igira 57 uburundi bwikukiye, yaraye arengutse imbere ya Sentare. Kuri uyu wa kane itarike 5 kigarama, yambaye impuzu zisa n’icatsi kibisi(impuzu z’abafunzwe), yaremeye icaha aregwa agirako asaba imbabazi. Umushikiriza manza yasabiye igihano umukenyezi Kamikazi co gufungwa imyaka itatu. Nayo ishirahamwe Femme Intwari yatutse abarigize bagera 600, ryasavye kurihwa indishi ya kababaro igera ku mafaranga umuriyoni ku munywanyi umwumwe hamwe no kuriha abashingwamaza, yose hamwe amafaranga 610. 000.000 y’amarundi. Urubanza azoba yaciriwe rukazomenyekana inyuma y’ukwezi.
Muri Tanzaniya urubanza rw’umumenyeshamakuru Erick Kabendera rugiye kuburanishwa
Uwo mumenyeshamakuru yahagaritswe mu kwezi kwa mukakaro uwu mwaka, yatanguye kwagirizwa ko yaronse ubwenegihugu bwa Tanzaniya biciye mu manyanga, imbere yokwagirizwa gutunga amahera yaronse mu buryo budatomoye no kudatanga amakori.
Amashirahamwe atari make harimwo iry’abamenyeshamakuru batagira imbibe « Reporters sans frontieres RSF », avuga ko ivyo vyagirije atakindi bigamije atari ugushaka ku mucecekesha, inyuma y’inkuru zitarinke yanditse avuga k’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu John Magufuli. Oryem Nyeko, umushakashatsi muri Human Rights Watch abona ko ivyo birego ari ikimenyetso cerekana ko ubwigenge bwo kumenyeshamakuru butubahirijwe. « Erick Kabendera n’umumenyeshamakuru yakora amatohoza azwi kandi yubashwe cane muri  Tanzaniya, ifungwa ryiwe ryerekana ko atagushikiriza ivyiyumviro mu bwigenge biri muri tanzaniya ». Nkuko  Oryem Nyeko yabandanije avuga : « Abamenyeshamakuru  barabangamiwe ariko sibo bonyene, abandi nabo nyene batorohewe aho muri Tanzaniya n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike n’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi ». Urubanza rw’umumenyeshamakuru Eric Kabendera akazokwumvirizwa kw’itarike 5 Kigarama 2019.
CIRGL ryafashe mu minwe ibijanye n’igitero ca baye mu cibitoke
Nkuko biboneka ku rwandiko rwakwiragijwe ku mbuga ngurukana bumenyi , hari umugwi w’abahinga ugizwe n’abasirikare gusa watanguye urugendo kuri uyu wa kabiri itarike 03 Kigarama, uwo mugwi uzoca muri Goma mu gihugu ca Repubilika iharanira demokarasi ya kongo, i Gisenyi mu Rwanda uce ahita Bugarama muri ico gihugu nyene, ucuza hano Bujumbura imbere yogucuja mu ntara ya Cibitoke i Marura ahagabwe igitero ku kirindiro ca gisirikare c’Uburundi. Bavuyeyo abo bahinga bakazoca bagaruka i Bujumbura mu nyuma baje ahitwa Nemba mu Rwanda imbere yuko bashika i Kigali babone guheza basubire i Goma. Urwo rugendo rukaba ruzomara iminsi munani.
Nkuko kandi bigaragarira muri urwo rwandiko nyene, igikorwa bafise n’ico kwirabira i bijanye n’igitero cakozwe i Marura ku matarike ya 17 Munyonyo. Hose bakazohagenda n’imodoka. Uwo mugwi wabahinga ugizwe n’abasirikare 7 ba Repubilika iharanira demokarasi ya Kongo, abasoda ba 2 ba Kenya , Umwe w’uburundi, umwe w’umunyarwanda, umuganda umwe, Umwe wa Sudani, umutanzaniya umwe, umusoda wa Angola umwe, uwo muri afrika yepfo umwe  hamwe rero n’umusirikare umwe wa Uganda. Leta y’uburundi yaheruka gusohora itangazo rya somwe n’umunyamabanga   mukuru akaba n’umuvugizi wayo, Prosper Ntahorwamiye, aho yavuga ko ari Urwanda rwateye mu ntara ya Cibitoke kandi ko Leta y’uburundi itazobandanya yihanganira ako gasotorano k’urwanda.
Umukuru w’Igihugu ntategeko narimwe yarenze mu kwitoza 2015, Sentare y’Afrika y’ubuseruko 
Iyo sentare ya Afrika y’ubuseruko yaraye imenyesheje kuri uyu wa kabiri itarike 03 Kigarama uwu mwaka,  ko umukuru w’igihugu c’uburundi Petero Nkurunziza atategeko na rimwe yarenze mu kwitoza mu mwaka w’2015.
Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike arongowe n’abarundi hamwe nayo mu karere ka Afrika y’ubuseruko yaritwaye muri sentare yo mukarere ka Afrika y’ubuseruko avuga ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarenze ibwirizwa nshingiro mu kwitoza mu mwaka 2015. Bukaba bubaye ubwakabiri ayo mashirahamwe atsindwa kuri urwo rubanza muri iyo sentare ya karere ka Afrika y’ubuseruko. Mu mwaka w’2015 imbere y’amatora, sentare y’ubahiriza ibwirizwa nshingiro hano mu Burundi yaremeje ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza  ata kintu na kimwe ca mubuza kwitoreza kurongora igihugu.
Impari z’ibimenyetso hagati y’imigambwe Sahwanya Frodebu na Sahwanya Frodebu Nyakuri 
Inzego z’umugambwe Sahwanya Frodebu- Nyakuri iragi rya Ndadaye nizo ziheruka kugirinama kugira zitore uwu zoserukira umugambwe mu matora y’umukuru w’igihugu yimirije muri 2020. Iyo nama yatoye uwarasanzwe arongoye umugumbwe Kefa Nibizi kugira azowuhagararire, yabaye ku munsi w’Imana igenekerezo rya mbere kigarama 2019.  Iyo nama kandi yaboneyeho kwemeza ikimenyetso kizokoreshwa n’uwo mugambwe mu matora, ivyo navyo bigizwe n’insake hamwe n’ifoto y’incungu ya demokarasi Melchior Ndadaye hejuru kuri iyo karata handitseko : « Tora Sahwanya Frodebu Nyakuri Iragi rya Ndadaye ». Kefa Nibizi yaragabishije umugambwe wose wohirahira ugashaka kuzokoresha ibimenyetso bisa nivyo batanze. Naho atashimye kuvuga uwo mugambwe avuga ko hari uwo bafise ibimenyetso bishaka gusa  ariko ko wowo ucemererwa 1992 mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu watanze umuzingi ucafyemwo igitoke, ifi, isuka, insake n’ibindi. Yorongeye kandi ati : « Idarapo ry’umugambwe wabo rishaka gusa n’iryacu ariko twebwe harimwo insake ». Kefa akabona ko uwo mugambwe ukoresheje uwo muzingi urimwo ivyo vyose ko atakibazo ariko ntibakoreshe insake yonyene hamwe n’ifoto ya Ndadaye. Naho atawuvuze mw’izina uwo mugambwe bafise ibimenyetso bigomba gusa ndetse banafise na mazina agomba gusa ni Sahwanya Frodebu. Uwo nawo ukaba watanze umukandida wabo Léonce Ngendakumana itarike 09 Munyonyo 2019,  Inziraguhemuka zara nerekanye n’ibimenyetso bazokoresha mu matora twimirije ivyo navyo n’insake, ifoto y’incungu ya demokarasi Ndadaye Melchior hamwe n’ifoto y’ibendera ry’umugambwe kuri iyo karata hejuru hakaba handitseko « Tora Sahwanya Frodebu ». Kuri ivyo bivugwa na Kefa Nibizi, Phenias Nigaba avugira Sahwanya Frodebu yavuganye n’ikinyamakuru Iwacu  yavuze ko kuva mu matora y’1993 atabindi bimenyetso bakoresha uretse ifoto ya Melchior Ndadaye, insake n’ifoto y’ibendera ry’umugambwe. Yibutsa ko n’urubanza ko barushingishije rujanye n’ivyo bimenyetso ariko ko rutaracika.
Urunani CNARED ruhamagarira imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi kugira urunani  mu matora y’imirije
Mw’itangazo ryasohowe n’urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na leta  CNARED  ariko rutemewe mu Burundi  inyuma y’inama bavuga ko bagiriye i Kampala mu Buganda kuri uyu w’Imana itarike  01 Kigarama 2019, rusaba imigambwe yemewe na mategeko y’uburundi iri muri urwo runani kugira urundi runani rwo mu matora vuba bwango mu ntumbero yokwitegurira neza amatora ya 2020. CNARED isaba n’iyindi migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi ariko itari muri CNARED kuja hamwe niyo yindi bakagira urunani rumwe kugira bazoje mu matora bari hamwe. Urwo runani rukorera hanze y’igihugu rukavuga ko rubabajwe n’uko leta itugurura urubuga rwa politike kugira abanyepolitike bose bidegemvye mu bikorwa vyabo vya politike. Naho CNARED isaba imigambwe itavuga rumwe na leta kujahamwe ikagira urunani, umugambwe Sahwanya Frodebu wigeze no kuba uri muri CNARED waramaze kwemeza ko Léonce Ngendakumana kugira azokwitoreze ikibanza c’umukuru w’igihugu kw’izina ry’uwo mugambwe kandi ukaba waremeje ko uzokwijana mu matora.
Imigambwe cumi iriyamiriza ico yita igitero cakozwe n’urwanda ku Burundi
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane itarike 21 Munyonyo uwu mwaka, umukuru w’umugambwe w’intadebukirwa -RADEBU Jean de Dieu Mutabazi yavuze kw’izina ry’iyo migambwe, yakiranye umubabaro mwinshi  kandi yiyamirije igitero cakozwe nabo yita « Ingabo z’urwanda » ku basirikare b’uburundi ku musozi Twinyoni mu gace Ka Marura mw’ishamba c’imeza rya Kibira hafi y’urubibe rw’Urwanda. Mutabazi akavuga ko umugambwe  wiwe co kimwe n’imigambwe yindi bafashanije gutera umukono kuri iryo tangazo,  batanemeye ko ibibazo bibazwa n’abamenyeshamakuru bemeza ko bafise amakuru yizewe cane ko ari ingabo z’urwanda zakoze ico gitero. Iyo migambwe nyene ikaba yahojeje imiryango yaburiye muri ico gitero, bavuga ko cagabwe kugihugu kibanyi c’urwanda gitekanye kandi kiriko citegurira amatora. Iyo migambwe cumi isaba leta y’uburundi kwitura  inzego zibishinzwe z’ishirahamwe rya karere ka Afrika y’ubuseruko EAC n’ imbere y’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika UA kugira zigire amatohoza ataho ahengamiye kugira berekane igihugu cama kiriko kirasotorana. Nayo ibihugu vya Tanzaniya, Repubilika iharanira demokarasi ya kongo na Uganda bisabwa kuja hamwe n’Uburundi bigaheza bikitwarira Urwanda kuko ngo rwama ruriko rurabihungabanya. Imigambwe ikagwa ikagaruka igasaba leta kudasubira kw’ihanganira agasotoro k’Urwanda no gukora ibishoboka vyose kugira  ivyo yita agasotoro ntikazosubire. Iyo migamwe igasaba leta gushishikara yitegurira neza amatora mu kwakirana igishika  impunzi ziriko zirahunguka na cane cane abanyepolitike. Kuruhande rw’Urwanda mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Urwanda nayandi makungu baramaze guhakana ivy’ico gitero cabaye mw’ijoro ryitarike 16 Munyonyo rishira irya 17 uwu mwaka  mu ntara ya Cibitoke, bakavuga ko : « batazi ivy’ico gitero ko ivyo arivyo birego vyama vyavuzwe n’burundi haheze imyaka 4 ».
Umukuru w’igihugu Ca Amerika aracahagaritswe umutima n’icuka kiri mu Burundi
Mu rwandiko ibiro vy’umukuru wa Reta Zunze Ubumwe z’Amerika Donald Trump vyaraye bimenyesheje inama nshingamateka y’ico gihugu ko ingingo ishira Uburundi mu bihe bidasanzwe ibandanya. Muri ubwo  butumwa umukuru w’igihugu c’igihangange kw’isi  Donald Trump yasiguye ko : « mu Burundi hakivugwa ubwicanyi n’ayandi mabi akorerwa abanyagihugu, uguta mu mvuto bamwe n’abandi, amajambo abiba urwanko, gucanamwo n’ukutihanganirana mu vya politike ». Ni ingingo yafashwe biciye mw’itegeko rya perezida w’Amerika nimero 13712, ryateweko umukono itariki 22 z’ukwezi kwa Munyonyo muri 2015, ico gihe hari hagitwara Barack Obama. Reta zunze ubumwe z’Amerika ibicishije muri iryo kete yemeje ko umutekano wayo na politike yayo mu makungu navyo bibangamiwe n’ico cuka kiri mu Burundi. Ari naco gituma Amerika ikomeza ingingo yafashe yo kwama igavye mu ntumbero yo guhangana n’ibibazo vy’umutekano muke mu Burundi. Ku bwa Trump kandi, ico cuka kirabangamiye amahoro, umutekano n’iterambere rirama vy’Uburundi n’akarere burimwo.
Umukuru w’umugambwe FNL ahamagarira uburundi kwivuna agasomborotso k’Urwanda
Mu kiganiro n’abanyamakuru, umukuru w’umugambwe FNL akaba n’umukuru w’imigambwe idaserukiwe mu nama nshingamateka Jacques Bigirimana mw’ijwi ryumvikana nkirikaze ariyamiriza yivuye inyuma igitero ca kozwe mw’ijoro ryo ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 16 Munyonyo rishira uw’Imana ku ngabo z’uburindi zari ku kazi kazo ko mw’ishamba rya kibira muri komine ya Mabayi intara ya Cibitoke. Jacques Bigirimana akavuga ko afise ivyemezo ko ico gitero cakozwe n’abasirikare b’Urwanda. Ivyo vyemezo akavuga ko bifatiye ku makuru yahawe n’abanyagihugu baba hafi ya habereye intambara ndetse n’amakuru yavuye mu bacitse kw’icumi mu bari batewe, niyo baroye bahejeje igitero n’ibindi bimenyetso  avuga ko atokwirirwa aravugira ku ma micros. Ahamagarira leta y’uburundi guhagararira umutekano w’igihugu mu kudakomeza kwihanganira ako gasomborotso k’urwanda, agasaba leta kuzoherekeza umwansi  kugera iyo yaje ava. Agasaba Urwanda guhagarika iyo ngendo. Ikindi muri ico kiganiro yagarutseko n’urwandiko avuga ko ruva mu gihugu c’Urwanda ruvuga ko umurwi wateye mu Burundi waje uva mu gihugu ca Uganda. Ati : « N’ububeshi bweruye kuko Uganda ata mupaka ihana n’Uburundi ». Akabona ko ivyo atakindi bigamije atari ugushaka guteranya Uganda n’Uburundi. Umukuru w’umugambwe FNL ahamagarira ibihugu vya karere bihurikiye co kimwe n’Uburundi mw’ishirahamwe rya karere ka Afrika y’ubuseruko EAC kubona gasomborotso avuga ko kagirwa n’igihugu c’Urwanda ku Burundi canke mugihe ataco rishoboye iryoshiramwe ryemere ko « ryasambutse »naho ngo atifuza ko bigera aho. Igihugu c’urwanda caramaze kugira ico gishikiriza kibicishije ku munyamabanga wa leta mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Urwanda nayandi makungu Olivier Nduhungirehe akavuga ko :"atari ubwa mbere ibirego nk’ibi bidafise ishingiro babivuze".
Igisirikare c’uburundi kivuga ko abateye mu Cibitoke baje bava mu Rwanda, Urwanda rurahakana
Igisirikare c’uburundi caraye kimenyesheje ko abateye i Mabayi mu ntara ya Cibitoke mw’ijoro ryo ku munsi wa gatandatu rishira uw’Imana baje bava mu gihugu c’Urwanda kandi ari nayo basubiye bahejeje ico gitero. Igitero kikaba ca tumbereye ibirindiro vy’abasirikare b’uburundi bacunze imbibe mu kibira hafi y’umupaka w’urwanda n’uburundi. Major Emmanuel Gahongano abicishije kuri radiyo  n’imboneshakure vy’u Burundi  " ko abateye baciye basubira mu Rwanda". Amb. Olivier Nduhungirehe umunyamabanga wa leta mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Urwanda nayandi makungu ntiyatevye kugira ico ashikiriza, akavuga ko :"atari ubwa mbere ibirego nk’ibi bidafite ishingiro babivuze".
Etiyopiya : Amatora kamarampaka i Sidamas 
N’igipimo gikomeye kuri demokarasi ku ntwaro y’umushikiranganji wa mbere Abiy muri Etiyopiya,  muri  zone Sidamas bazoja mu matora ku munsi wa gatatu aho bukera, amatora ya kamarampaka kugira bemeze ko hashingwa leta ya karere nshasha. Hakaba hari haciye igihe kinini hari abaguma basaba ubwigenge. Mu minsi icenda gusa, abantu barenga imiliyoni 2 n’ibihumbi amajana 3 bariyandikishije kugira batore .  Dr Solomon, aheruka kwiyandikisha avuga ko ari akaryo keza ko kwitunganiriza ivya karere kabo mu bijanye na politike, ubutunzi n’imibano. Abashigikiye ayo matora ya kamarampaka barashikiriza ivyiyumviro vyabo banezerewe ariko abatayashigikiye bahitamwo kuguma mugacerere, abo bakibuka cane cane ubwicanyi bwabaye hagati y’amoko yo muri ako gace mu mwaka wi 2018. Mu kwezi kw’indwi guheze, ukwigizayo ayo matora vyatumye haduka inryane zihitana abagera kuri 53. Estifanos Abush, wewe ari mu badashigikiye amatora yariye umutima amenyo akemera kugira ico avuze kuri ayo matora agira ati : « abasavye ay’amatora bagira ngo akarere ka Sidamas n’i kintu gihambaye. Ariko amatora n’uguhitamwo kw’umuntu. Hamaze kugururwa ibiro vy’amatora umuntu azohitamwo ikiri ku mutima ». Abanye Sidamas batinya gutora ukwigenga kwa karere kabo batinya ko bashobora kuzokumirwa na leta ya Addis Abeba mugihe abashigikiye ukwigenga botsinda.
Abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi basabwa kuvuga ukuri gusa
Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’uburundi nayandi makungu bwatunganije inama yabuhuje n’abaserukira ibihugu vyabo hano mu Burundi. Mw’ijambo ryo kwugurura iyo nama, Isidore Ntirampeba umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’imigeneranire y’uburundi nayandi makungu, yagarutse kubijanye n’umutekano avuga ko wifashe neza mu gihugu aca abasaba kuba abavugizi b’igihugu mu bihugu vyabo.  Ntirampeba yiyamirije kandi  ivyegeranyo vya bahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bahawe igikorwa co gutohoza ku Burundi ko ivyo vyegeranyo arivy’ububeshi.  Yamenyesheje kandi  abo baserukira ibihugu  vyabo n’uko ibikorwa vyo gusuzuma abanyamahanga baba mu Burundi ko bakwije ibisabwa n’amategeko kugira babe mu gihugu ko ari igikorwa gisanzwe kugira ntihagire abagira iterabwoba bokwinyegeza mu gihugu. Aha akaba yafatiye ku banyamahanga batagira ivya ngobwa bamaze iminsi bafatwa n’igipolisi  bagasubizwa iwabo. Umunyamabanga ntayegeyezwa yabeshuje ivyigeze kuvugwa n’ibinyamakuru bimwe bimwe ko ingwara ya malariya ari ikiza muri uno mwaka wa 2019. Uwo mutegetsi  avuga  ko atarivyo ariko akemeza ko ababivuga bafatira kubiharuro vyaduze gatoya urabiye kuvyo mu mwaka uheze wa 2018. Ikintu gishimisha Ntahiraja Isidore nuko abantu bagera ku bihumbi  170 bari barahunze bamaze guhunguka kandi umugwi w’igihugu  ujejwe gutegura amatora CENI ukaba ugiye kwandika abakwije imyaka yo gutora muribo. Yasubiye guhamagarira abanyamahanga bakibona ko umutekano udakwiye mu Burundi kuza hano mu gihugu bakirabira. Aca ashimira umupfasoni Bintu Keita, icegera c’umunyamabanga mukuru wa ONU yaje mu Burundi maze agatanga icegeranyo kubwiwe« gihushanye cane ni casohowe n’umugwi urungowe na Doudou Diène », mbere akaba yanagarutse mu nama  yahuje abakenyezi b’imboneza bazananye mu mihingo yose y’isi,  yatunganijwe n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu muraya mezi aheze. Ntahiraja akibaza ingene uwo mutegetsi muri ONU yari kwemera kugaruka mu gihugu yari kuba yabonye ko ata mutekano gifise. Yaboneyeho gusaba ibihugu vya bulaya gukuraho ibihano vyafatiye  uburundi. Ntirampeba Isidore ntiyahishije agashavu katewe nuko abo baserukira ibihugu  vyabo hano mu gihugu batitavye kubwinshi isozerwa ry’indwi yahariwe Intwari yari yatunganijwe na CNDD-FDD  itarike 16 Munyonyo uwu mwaka hariya muri komine Mubimbi . Ibirori bikaba vyari bihagariwe n’umukuru w’igihugu akaba n’imboneza yamaho muri CNDD-FDD. Ntirampeba akabibutsa ko kwitaba iminsi mikuru ibayatunganijwe ku rwego rw’igihugu ko biri mu bikorwa vyabo vyabo. Iyo nama yaciye bandaniriza mu mw’iherero. Irangiye, umunyamabanga ntayegayezwa   mu bushikiranganji bw’imigenderanire  Ntirampeba Isidore yamenyesheje ko bayaze bahuza nabo baserukira ibihugu vyabo. Leta y’ubundi ikabasaba kuvuga ukuri gusa mugihe baba bariko baraha ivyegeranyo  ibihugu vyabo. Bimeranije kandi ko bagiye gukuraho utunenge twarangwa mu gukorana. Umunyambanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’imigenderanire yashimiye cane cane uwuserukira igihugu ca Uganda asanzwe ariwe afise imyaka myinshi mu baserukira ibihugu vyabo hano mu Burundi, yashimangiye ivyo leta yavuga. Ntirampeba akavuga ko yagize ati : « Mwaje guserukira ibihugu vyanyu, ntimurabe abategetsi b’igihugu kuko abo barahinduka igihugu nico kidahinduka,mwaje kwunga ubucuti hagati y’abanyagihugu b’ibihugu vyanyu n’abanyagihugu ba barundi ». Iyo nama ikaba isanzwe yama iba uko amezi atatu arangiye ariko  mu bushikiranganji  bwigenderanire  bakemera ko izo nama zigiye kurwizwa.
Abatarwanye nabo nyene bariko bararya kuvyamwa vyarondewe n’abahizi
Umugabwe CNDD-FDD kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 13 Munyonyo watanguje indwi yahariwe umurwanyi « Umuhizi ». Mugitondo,  ibirori vyatangujwe n’inkuka y’imisa yabereye muri paroisse Gifurwe iri muri komine Mpanda mu ntara ya Bubanza, haciye hakurikira ugushira ingori z’amashurwe ku ntatemwa z’abarwanyi bapfiriye ku rugamba ziri aho nyene muri komine Mpanda. Ahashizwe icibutso canditso ko « NTIHICA UBWOKO AHUBWO HICA UBUTEGETSI BUBI ». Inyuma y’umutaga,  ibirori vyabandanirije ku ngoro yo kurwego rw’igihugu hano i Bujumbura. Herekanywe ireresi ivuga imvo n’imvano y’urugamba rwa CNDD-FDD. Ibirori vyari vyitabwe n’indongozi zitandukanye za CNDD-FDD, inararibonye mu mugambwe, abahoze ku rugamba ndetse n’abategetsi batari bake harimwo umukuru w’inama nkenguzamateka Reveriyano Ndikuriyo n’umuhuza w’abarundi Edouard Nduwimana. Ijambo rikaba ryashikirijwe n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi Evariste Ndayishimiye. Muri iryo jambo ryiwe yamenyesheje ko urugamba rwari urw’Imana afatiye kuvyo bafungura, ibikoresho batanguye bakoresha bitagererenywa n’ivyari bifiswe n’igisoda ca leta bari bahanganye no kuba ata wahagarutse ngo yiyemeze ko ariwe atanguje urugamba nyabuna abantu barenganijwe akaba aribo bishira hamwe kandi bavuye imihingo itandukanye kugira bigwanire. Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko urugamba bagwana  ko ata bwoko bagwanira kuko basanze no mu bagwanyi babo ngo harimwo amOko yose. Akavuga ko hari akarwi kari ku butegetsi akaba ariko kashaka guhindura ikibazo ic’amoko, babifAshijwe n’abazungu abakolonije igihugu. Akavuga ko n’ubu umugambwe CNDD-FDD ukiri kumwe n’Imana kuko abafasha igihugu bagifatiye ibihano bazi ko igihugu gica gipfa ariko bagasanga nyabuna haciye haboneka amahera leta ikoresha ijana kw’ijana  ndetse n’amakomine akaza araronswa imiliyoni 500 ku mwaka ku mwaka yo gukoresha imigambi. Umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD yagarutse kuvyabaye mu mwaka w’2015 avuga ko vyari bikomeye. Yagize ati : « Ntivyari vyoroshe mu mwaka w’2015 abajejwe umutekano nibo bazi umuruho waruhari. Vyari vyananiranye ko abiyerekana bava mw’ibarabara ariko Imana ica ikoresha shetani ica ku bihemu vyashaka gutembagaza ubutegetsi. Burya abagira imyiyerekano bakuwe mw’ibarabara n’ugushaka guhirika ubutegetsi, bumvise ngo leta yasenyuwe baca baranywa baraborerwa bukeye bavyuka basanga ya kudeta itabaye ». Ikindi umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD yita igitangaro n’ingene atasekeza ryo gukura ibirwanisho mu bari babitunze batabifitiye uruhusha ryabaye muri 2015, ariko abari babitunze Imana igakoresha shetani ikabosha bakaja gutera ama kambi hanyuma inkoho zose bakazibakirayo. Evariste Ndayishimiye yarangije aremesha abari bashigikiye akarwi k’ihagiye ubutegetsi muri 1993 ko ata kwihora, abahoze ku rugamba rwa CNDD-FDD « abahizi » bashobora kugira. Aca asaba bahizi ku dasubira ku bunda bunda no kutagendana inzigo. Yaboneyeho kandi gusaba urwaruka rw’ubu gukora kuko ari igihe c’umurindi w’iterambere n’ugusoroma ivyamwa. Uwo munsi mukuru ukaba wahimbajwe kucivugo « N’abaye umuhizi w’amahoro, nzokwama ndi umuhizi w’iterambere ».
Ingoro zimwe z’umugambwe CNL zihitanwa n’inkukura
Mu kiganiro na NAWE TV ikorera ku buhinga bwa none youtube, ikiganiro mushobora kwirabira , Jean de Dieu Mutabazi, arongoye umugambwe RADEBU avuga ko kubona CNL ivuga ko hari ingoro zayo zirenga 50 zimaze ko nonwa no kubomorwa, harimwo ugushikuza kuko baheza bagaharuramwo n’izahitanywe n’« inkukura ». Mutabazi akabona ko bwoba ari uburyo bwiza CNL yatoye bwo kwerekana ko ikomeye. Umukuru w’umugambwe RADEBU akavuga ko abarundi bari imbere  cane mubijanye n’ugushikiriza ivyiyumviro vyabo, akabona ko mu bihugu bimwe bimwe nka Afrika yepfo bagera naho baturira abantu. Kubijanye n’imvugo zikoreshwa, Mutabazi hari abakoresha imvugo zidashimishije, bamwe muri abo ariko bahanuwe baremera bakigarura. Nayo ama raporo y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku burundi akorwa n’abahinga barongowe n’umu nye Sénégal Doudou Diène, jean de Dieu Mutabazi avuga ko ivyo vyegeranyo bishingiye ku binyoma. Kubijanye na matora, avuga ko umugambwe wiwe RADEBU witeguye neza kuzosubirira CNDD-FDD biciye mu matora ya 2020. Akemeza kandi ko kuba mu mwaka 2010 yaravuye mu matora akaja mu runani ADC-Ikibiri (naho yamazeyo umwanya muto) ko yari yabitumwe n’uguhahamuka. Agahamagarira n’abandi banyepolitike kuza barasuzuma neza ivyo bashikirizwa n’abayoboke babo na cane cane abari hagati mu gihugu, kugira ntibazovuge ko bibwe kandi atarivyo.
Ukudahuza  kurabandanya mu runani ruri ku butegetsi muri Congo
Muri repubilika iharanira demokarasi ya kongo ukutarabana ryiza hagati y’abanywanyi b’umukuru w’igihugu Félix Tshisekedi n’abayoboke ba Joseph Kabila yahoze arongoye ico gihugu.
Babicishije kumbuga ngurukana bumenyi baguma baterana amajambo ibituma icuka gikomeza kumera nabi.  Ico cuka kiraboneka kandi mu murwa mukuru Kinshasa.
Ivyapa binini binini biriko i foto y’uwahoze arongoye igihugu Joseph Kabila, ivyo vyapa vyari kuzokoreshwa mu mumyiyerekano izoba itarike 14 mu kwezi kuza kwa Kigarama i Kinshasa vyarononywe ku metero nkeya uvuye ku ngoro y’umukuru w’igihugu.
Amashusho yaciye ku mbuga ngurukana bumenyi zatumye abayoboke ba Kabila bari  ku birometero 2000  uvuye i kinshasa, i Kolwezi,  mu ntara ya Lualaba  baciye barengerwa n’ivyabaye i kinshasa baca baturira ivyapa vy’umukuru w’igihugu aramutswa igihugu muri kino gihe, Félix Tshisekedi.  Mu mugambwe uri ku butegetsi iramaze kugira ico ibivugako. umugambwe uri ku butegetsi, l’UDPS,  uvuga ko bitumvikana  ifoto y’umukuru w’igihugu iturirwa imbona nkubone abatetsi b’intara ya Lualaba babona. Agasaba amatohoza yihuta. Ku ruhande rwa bashigikiye Joseph kabila bagasaba ko icuka conagurwa, imishamirano igihagarara.
APDR ibona ko umukenyezi aracafise intambamyi zitarike kugira ashobore guserukirwa cane mu nzego
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere itarike 11 Munyonyo , umukuru w’umugambwe APDR Gabriel Banzawitonde yagarutse ku mico n’imigenzo imwimwe ituma umukenyezi  cane cane mwirimizi yikumira , aha akavuga nk’iyivuga  ko umukenyezi ari uwo kuguma mukigo, kudaseruka ,umukeneyezi ari uwo kurera abana.  Banzawitonde akabona ko n’amadini amwe amwe ari  intambamyi ku guserukirwa kwa bakenyezi, nk’abababwira ko ari ukuja kure ya politike bakabamiza mu masengesho. Iyindi ngorane akaba ari ukutemerana hagati y’abakenyezi ubwabo hakaba kandi n’imigambwe idaha ikibanza kibereye abakenyezi ku ntonde zikorwa. Umukuru w’umugambwe APDR akaba yabivuze mugihe uwuzoserukira uwo mugambwe mu matora ya 2020 mu kibanza c’umukuru w’igihugu, umupfasoni Fidélité Nibigira yurira kuri uyu wa mbere indege imushikana mu gihugu ca Ethiopia mu nama mpuzamakungu izo kwiga uruhara n’ikingirwa ry’umukeneyezi mu matora mu karere k’ibiyaga bini, inama yatumweko n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ubumwe Afrika n’ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini CIRGL, ikazobera i Addis Abeba ku magekerezo ya 12 na 13 Munyonyo uwu mwaka. Umupfasoni Félicité azoseruka kw’izina rya APDR,  akamenyesha ko azosaba ko hojaho ikigega c’uburyo cogushigikira abakenyezi  no gutera intege abakenyezi bafashe iya mbere mu kwitoza, guhimiriza ama leta n’imigambwe guha abakenyezi ibice 50 kw’ijana mu nzego zose hamwe rero nuko hoshirwaho komite ihuza abakenyezi bo mu bihugu vya karere kugira baze barahanahana ivyiyumviro. APDR akaba ariwo mugambwe wa mbere watanguye gutanga uwu zowuhagararira  mu matora y’umukuru w’igihugu kandi w’umukenyezi.
Leonce Ngendakumana niwe agiye kuzohagararira Frodebu mu matora y’umukuru w’igihugu
Mw’ikoraniro ry’inama y’abaserukira abandi mu mugambwe SAHWANYA-Frodebu, yabereye i Bujumbura kuri uyu wa gatandatu itarike 9 Munyonyo. Iryo koraniro kamuza ryemeje ikarata izokoreshwa na Frodebu mu matora twimirije. Iyo karata igizwe n’insake i foto y’incungu ya demokarasi Melchior Ndadaye hamwe n’ibendera ry’umugambwe. Uwahoze ari umukuru w’igihugu sylvestre Ntibantunganya yasavye ko hambavu y’ivyo bimenyetso ko boshirako i foto y’uwuzohagararira Sahwanya Frodebu, ivyanswe nazimwe muzindi nziraguhemuka kuko kwoba ari ’’ukuremereza iyo karata". Iyo karata yemejwe uko uretse ko hasabwe ko insake yariko ko ifise ibara ryera n’iry’urwatsi rubisi yohindurwa ikagira amabara nkayo insake zisanganywe. Inziraguhemuka zaciye zija mu matora nyezina y’uwuzobahagararira mu matora y’umukuru w’igihugu ya 2020, haca hatotorwa umushingamateka Léonce Ngendakumana yaronse amajwi 132 n’ukuvuga ibice 82,5 kw’ijana, uwo bahiganwa asanzwe aramutswa umugambwe Pierre Claver Nahimana yaronse amajwi 28 n’ukuvuga 17,5 kw’ijana akaba ata majwi yabaye impfagusa kuko abatoye bose hamwe bari 160. Umukuru w’umugambwe Pierre Nahimana yarahejeje kurushwa yakeje cane uwizewe aca amenyesha ko inziraguhemuka zose zizomushigikira. Umushigamateka Ngendakumana yashimiye abanywanyi ba Frodebu bamwizeye, abizeza ko atazobamaramaza. Ikindi ya menyesheje nuko agiye kuganira n’imigambwe CNDD FDD hamwe CNL kuko biboneka ko bafise "
inguvu" kugira bazikoreshe mu kwubaka igihugu.
Umugambwe CNL uvuga ko hoba hari umugambi wo kugandagura indozi zawo
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane itarike 07 Munyonyo, Umuvugizi w’umugambwe CNL, umushingamateka Thérence Manirambona ariyamiriza ihohoterwa  rikorerwa haba mu majambo canke ku mibiri abanywanyi babo, ririko ririyongera. Manirambona akavuga ko ihohoterwa riboneka cane mu ntara 14 kuri 18 zigize igihugu. Akavuga ko abanywanyi ba CNL bagera ku 200 bafunzwe n’ingoro zirenga 50 zikaba zimaze kubomorwa no kwononwa. Atanga akarorero ko muri zone ya Muyira komine Kanyosha mu ntara ya Bujumbura aharashwe umukuru wa Zone agakomereka ariko Imana igakinga ariko hakaba haciye hahagarikwa abanywanyi bagera ku 20 b’umugambwe CNL, Manirambona akabona ko atabantu bagera ku 20 bogira inama yokwica umuntu umwe. Umuvugizi wa CNL akamenyesha ko bituye umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH bawubwira ihohoterwa rigamije abanywanyi babo. Muri ico kiganiro nyene, umugambwe CNL wamenyesheje ko hari amakuru bafise ko hoba hari umugambi wo kugandagura indongozi zawo kurwego rwo hejuru , habaje gukoreshwa amarementanya. Umushingamateka Manirambona Thérence akagira ati : « ayo marementanya akabonekera mu gukoresha ibimenyetso vy’umugambwe, hakaba hoba hariko harakorwa imipira n’inkofero vy’umugambwe biriko ifoto ya Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL vyokoreshwa na bagomba kwononera umugambwe, hari n’umugambi wogutanga impuzu z’igipolisi n’iz’igisoda tutibagiye n’ibirwanisho kugira ejo bikunde haduke abantu biyitirira umugambwe . Ibikorwa vy’izo nkozi z’ikibi vyegekwe ku mugambwe CNL n’indongozi zawo ». Ikindi ciyamirizwa na CNL n’urubuga rwa youtube « CNL Inyankamugayo » kuko ngo mu mugambwe atarwo bazi kandi n’amakuru arucako nayaturira nkuko vyavuzwe n’umuvugizi wa CNL . Umugambwe CNL ariko ukemera ko bakoresha youtube ariko kurubuga rwitwa « Congrès National pour la Liberté » na twitter  « CNL Burundi ». Umushingamateka Thérence Manirambona agasaba umugambwe uri ku butegetsi kwitwararika ivyiyumviro bijanye n’ihiganwa riranga intwaro rusangi no guhagarika amarementanya n’ihohoterwa ry’abanywanyi b’umugambwe CNL, akagirako asaba abanywanyi babo kuguma barikanuye kandi batekanye.
Igihangange mugutwenza michel gohou mu gisagara ca bujumbura kuri uyu wa 10 munyonyo
Igisagara ca Bujumbura kigiye kwakira kuncuro ya kabiri  isango rikomeye ryo gutwenza bita « Buja Lol » kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 10 munyoyo 2019, aho hazohurira abatwenzi (Comédiens) bava mu bihugu bitandukanye vya Afrika, mu karere duhana imbibe, tutibagiye nabo ngaha iwacu, bikazobera kw’ibarabara bise Boulevard de la Tanzanie kuva igihe c’isaha icenda 15h zo k’umuhingamo.
Umwaka uheze wa 2018, niho hatangura igice ca mbere c’igiteramwo citiriwe gutwenza ngaha mu gihugu cacu, bica biba nakaryo keza ko kwakira ibihangange mu muziki ndetse no gutwenza bo k’umugabane wa Afrika, vyanatumye ababitunganije bigira inama yo gutegura incuro ya kabiri mu ntumbero yo kuryohera abarundi no kwerekana ivyiza Uburundi bufise biciye mu gutwenga. Clovis KORICIZA  batazira Rasko, umwe mu bariko barabitunganya, amenyasha ko abanyabugenegene bazoba bavuye mu bihugu bitandukanye bazokurikirana mu kuryohera abantu : « kuri scène muzobona ibihangange bikomeye nka Oumar Mané ava mu gihugu ca Guinéa ndetse yari yanatwitavye mu mwaka uheze, Joyeux ava mu gihugu ca RDC, Michael Sengazi umurundi mugabo aba mugihugu kibanyi cUrwanda, Kigingi ndetse naca gihangange mpuzamakungu ava mu gihugu ca Cote d’ivoire Michel GOHOU azwi cane mu biteramwo vyo gutwenza Parlement du rire bica kuri Canal+ ». Tukabamenyesha ko guhimiriza abanyabugenegene batwenza « Comediens » b’abarundi kwitabira ibiteramwo mpuzamakungu azoba ariyo ntumbero nyamukuru yico giteramo.
CENI yatanze indwi imwe kugira imigambwe n’amashirahamwe atange abayahagarira
Umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI wakoranije kuri uyu wa mbere aberwa bose n’amatora muvyo bavugana harimwo iyandikwa ry’abatiyandikishije mu matora y’ibwirizwa nshingiro aheruka, akaba ari ukugira baronke uburenganzira bwo kuzotora mu matora yose twimirije mu mwaka w’2020. Pierre Claver Kazihise arongoye umurwi CENI yahamagariye abanyamigambwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike gutanga abazobahagararira mu gusuzuma intonde z’abanditswe mu mwaka wa 2018 hamwe rero n’abazobahagararira mwiyandikwa ry’abatiyandikishije. Kazihise akavuga ko bafise indwi imwe kuva kuri uyu wa kabiri itarike 05 Munyonyo kugira batange abo bantu. Igenekerezo rya 25 gitugutu, CENI yamenyesheje ko izokwandika abo batiyandikishije kubera imvo zitandukanye kuva 09 kugeza itarike 12 kigarama uwu mwaka. Abarongoye imigambwe bakabona ko iyo minsi ari mike cane, bagasaba ko yokwongerezwa.
Umukuru w’igihugu  yarahinduye abategetsi batari bake
Kw’igenekerezo rya 31 gitugu 2019, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarateye umukono ko mategeko agena abategetsi bashasha . Ubu nyamabanga bukuru bw’inama y’igihugu ijejwe umutekano buramutswa Colonel Pierre Claver Nzisabira.  Ahandi umukururu w’igihugu yagenye abategetsi bashasha ni mu biro bikuru vy’igendereza. Uwashinze igisata c’igendereza mu gihugu ni OPC1 Emmanuel Ndayiziga , APC Salvator Ntacobamaze yahawe kurongora igisata c’igendereza co hanze y’igihugu. Igisata co gufasha (département d’appui) kiramutswa Ambassadeur  Léandre Amri Ngogwanubusa. OPC2 Alfred Innocent Museremu yahawe kurungora ama biro mu biro vy’umuyobozi mukuru w’iperereza. Umuyobozi w’ibiro bijejwe kwihweza, guha intumbero no gukwiragiza ivyagenderejwe ni AP3 Sophonie Nitunga. Uwushinzwe ibiro b’ijanye n’amategeko ni AP1 Jérôme Kantanta. Uwahawe kuyobora ibiro bijanye n’itumatumako rigezweho ni Diègue Nifasha. Ibiro bijejwe inyigisho vyashinzwe AA3 Anne-Marie Nizigiyimana. Nayo ibiro bijejwe gusuzuma ibikorwa imbere mw’iperereza biramutswa Eric Nkurunziza. Uwundi yahinduwe n’umuyobozi mukuru w’ikigo ARCT, kuva itarike 31 gitugutu uwu mwaka kikaba kirongowe na Général de Brigade Télésphore Irambona. Commissaire de Police Principal Génèrose Ngendanganya yagenywe n’umukuru w’igihugu kuba uwujejwe ingendo (Chargé de Missions) mu biro vy’umukuru w’igihugu.
Festus Ntanyugu aherutse kuvuga ko avuye muri CNDD-FDD, umugambwe ntuzi aho yarangurira ibikorwa
Mu masengesho yama atunganywa n’umugambwe  CNDD-FDD ahuza abava mu ma dini atandukanye ku minsi yakane, muma sengesho yo kuri uyu wa kane umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD yamensheje  ko atazi inama nshingiro umushingamateka Festus Ntanyungu yabarizwamwo. Ndayishimiye  akavuga ko ikete rya Festus Ntanyungu ryaciye ku buhingurukana bumenyi ko hari abaciye barifata  nk’ugusambuka kwa CNDD-FDD, aha akabakurira inkoni ku gishitsi ko atanuwuzi ko uwo avuga ko yavuye mu mugambwe, yatora  CNDD-FDD. Ikindi umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD yavuze n’uko Ntanyungu yari yasavye umunyamabanga w’umugambwe mu gisagara ca Bujumbura ko yoza gukorera umugambwe hano mu gisagara ariko ngo ntiyari bwaronke inyishu y’ikete yanditse abisaba. Kw’igenekerezo rya 29 gitugutu uwu mwaka, umushingamateka Festus Ntanyungu yarandikiye ikete umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD amumenyesha ko avavanuye na CNDD-FDD, agira ati : « nyakubahwa, ndakwandikiye iri kete kugirango nkumenyeshe ko, kuva uno munsi wa 29 gitugutu 2019, ntakiri mu mugambwe CNDD-FDD. Ariko nk’uko navyiyemeje muri gitugutu 1969, nkaba narabigendeye kuva ico  gihe, nzokwama ndwanira amahoro n’umwidegemvyo hagati ya barundi bose ». Mu mwaka w’2015 Festus yari mubateye umukono kw’urwandiko rwari rwanditswe n’abamwe mubari abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi bavuga ko badashima ko umukuru w’igihugu asubira kwitoreza gutwara igihugu, mu nyuma akaba yahavuye ahindura avana nabo bari bandikiye hamwe urwo rwandiko.
Abazohiganirwa guserukira Sahwanya-FRODEBU mu matora y’umukuru w’igihugu bamenyekanye
Umurwi washinzwe n’umugambwe Sahwanya- FRODEBU ngo ucagure abazotorwamwo uwo bahagararira mu matora y’umukuru w’igihugu yo 2020 waraye ushize ahabona amazina yabo ikoraniro kaminuza rizotoramwo. Abo nabo ni abagabo babiri : Pierre Claver Nahimana arongoye umugambwe na Léonce Ngendakumana asanzwe ari icegera ciwe.
Uwundi yari mubifuza kuzoserukira FRODEBU ni Bikorondagara Sylvestre ariko uwo akaba yaciye akurwamwo. Oswald Ntakirutimana arongoye uwo umurwi woguhitamwo abo ikoraniro kaminuza rizotoramwo, yamenyesheje ko uwufise akangono ngono  afise iminsi kuva kuri iyi tarike imwe ya Munyonyo kugeza kw’itarike z’ine zakuno kwezi nyene, Kugira asabe ko bokwihweza iyo ngingo. Atagihindutse bitegekanijwe ko abarekuriwe kuja mw’ikoraniro kaminuza rya SAHWANYA-FRODEBU bazokorana ku munsi wa gatandu uza igenekerezo 09 Munyonyo kugira batore uwuzohagararira umugambwe wa Ndadaye mu matora y’umukuru w’Igihugu twimirije.
Umushikirizamanza kizigenza wa Repubika avuga ko abamenyeshamakuru ba Iwacu batazira akazi kabo
Mw’itangazo Sylvestre Nyandwi, umushikirizamanza kizigenza wa Repubilika asohoye ku mugoroba wo kuri uyu wa kane, aremeza ko abamenyesha makuru b’ikinyamakuru Iwacu bari mu minwe y’ubutungane. Akavuga ko umutahe ubahagarika wasohowe na parake y’intara ya Bubanza itarike 26 gitugutu 2019.
Muri iryo tangazo Nyandwi akibutsa ko abo bamenyeshamakuru bane n’uwa bunguruza bafashwe inyuma y’igitero cari cakozwe mu ntara ya Bubanza muri komine ya Musigati itarike 22 gitugutu akavuga ko bafatiwe aho nyene igihe abajejwe umutekano bariko barwanya uwo murwi wari wateye. Umushikirazamanza kizigenza wa Repubilika agahakana ko ifatwa ryabo ataho rihuriye n’akazi kabo ku kumenyeshamakuru. Abandanya avuga ko abamenyeshamakuru Christine Kamikazi, Térence Mpozenzi, Agnès Ndirubusa, Egide Harerimana n’uwabunguruza Adolphe Masabarakiza  bamaze kw’ugururirwa dossier muri parake ya Bubanza  bakaba bagirizwa kwifadikanya n’abashaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Umushikirizamanza kizigenza wa Repubilika akavuga ko mu matohoza  amaze gukorwa biboneka ko abo  bamenyeshamakuru  hari ico bari bazi kuri ico gitero.
Inama nshingamateka na nkenguzamateka zatanguye akaruhuko kuri uyu wa kane
Mw’ijambo ry’iwe ryo gusozera ibikorwa vy’inama nshingamateka vya Myandagaro, umukuru w’inama nshingamateka Pascal Nyabenda yashimiye cane inzego zijejwe umutekano na bajejwe intwaro bashoboye gutuza abagizi ba nabi bari bateye i Bubanza. Akibutsa abajejwe Intwaro n’abajejwe umutekano  ko boguma barikanuye kugira bahashe abo bose boshaka kudurumbanya igihugu.
umushingamateka Pascal Nyabenda yifurije ikaze abari barahungiye mu gihugu ca tanzaniya bariko barahunguka aca agirako asaba abanyagihugu n’abajejwe intwaro kubakirana igishika kugira biyumve nkabari iwabo nyene. Mubijanye n’ugutora amategeko, umukuru w’inama nshingamateka yamenyesheje ko hizwe hongera haratorwa integuro z’amategeko indwi harimwo integuro y’itegeko y ‘amasezerano hagati y’igihugu c’uburundi n’isoko rusangi rya Comesa, akarere ka afrika y’ubuseruko EAC n’ishirahamwe SADC. Ikindi caranguwe n’ugukurikirana ibikorwa vya leta, aho abashikiranganji cumi n’umwe bahamagawe kwishura ibibazo vy’abashingamateka. .
No mu nama nkenguzamateka hariya kumurwa mukuru wa politike i gitega, kuri uyu wa kane batanguye akaruhuko. Muvyaranguwe n’abakenguzamateka harimwo gutora integuro z’amategeko, kwemeza abagenwa mu mabanga y’ubutungane hamwe n’ukugendera amakomine.  Abashingamateka n’abakenguzamateka bakaba bagiye kumara ukwezi kwose kwa Munyonyo mu karuhuko bagendera ababatoye
Umupolisi yishe umwana wa mezi ane ahanishijwe umunyororo wa burundu 
Amakuru dukesha umuvugizi wa Sentare Ntahinyuzwa Agnès Bangiricenge, avuga ko umupolisi APC Bigirimana Salvator ahejeje guhanishwa igihano c’umunyororo w’mpaga w’ubuzima bwiwe bwose kucaha  co kugandagura arashe umwana w’amezi ane ndetse akanahakwa kugandagura nyina wiwe. Ivyo bihejeje kubera muri sentare Nkuru y’igihugu mu ntara ya Rutana  iri mu bumanuko bw’igihugu, sentare ikaba yashashe mu rubanza rw’ikibiriraho kuri uyu wa gatatu itarike 31 gitugutu 2019.
Michel Kafando ntakiri mu mbanga y’intumwa idasazwe ya ONU mu Burundi
Uwahoze arongoye vy’imfatakibanza igihugu ca Burukina Faso, Michel Kafando,yaraye arangije ikiringo ciwe co guserukira nk’intumwa idasanzwe umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi. Ikiringo ciwe kikaba carangiye, iyo nkuru yamenyekanye kuri uyu wa gatatu  itarike 30 gitugutu.
Agishigwa ayo mabanga Michel Kafando yari yahawe igikorwa co gushirahamwe no kugenzura ibikorwa vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU  hano mu Burundi kugira hatsimbatazwe amahoro n’iterambere rirama mu Burundi.  Ikindi gikorwa yari yahawe na ONU kwari ugufasha akarere ka afrika y’ubuseruko mu biganiro vyariko biraba hagati y’aberwa na politike mu Burundi.  Ari mu nama nkuru ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi, kuri uyu wa gatatu, Michel Kafando  igihe yariko ashikiriza uko ibintu vyifashe mu Burundi yaboneyeho akaryo ko kumesha ko arangije ikiringo ciwe kandi asize ibintu n’ubu mu Burundi bitifashe neza. Uwuserukira uburundi muri ONU abicishije ku rubuga rwiwe rwa twitter, Albert Shingiro, yavuze ko leta y’uburundi yakiriye ko Kafando yameyeshe ko ikiringo ciwe carangiye co kuba intumwa idasanzwe ya Atonios Gutèrres  mu Burundi. Ati : « uburundi bwakiriye ko  ikiringo ca Michel Kafando nk’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru Antonio Guterres carangiye. Asize igihugu gitekanye ». Michel Kafando yashinzwe amabanga n’umunyamabanga mukuru wa ONU kumeserukira nk’intumwa idasanzwe mu Burundi itarike 5 Rusama 2017.
Sentare nkuru ya Bubanza yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru ba Iwacu
Ingingo ya Sentare yamekanye igihe c’isaha zitanu kuri uyu wa 31 gitugutu, iyo nayo yavuga ko abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru Iwacu n’umushoferi wabo  babandanya bafunzwe. Ingingo yo kumenya nimba babandanya bafunze canke barekurwa n’ingingo yari yitezwe kuruno wa kane  kuko Sentare yabumvirije muco bita chambre de conseil ku munsi wa kabiri itarike 29 gitugutu, sentare ikaba yarifise amasaha 48 kugira imenyeshe ingingo yayo. Abicishije ku rubuga rwiwe rwa twitter avuga ko ababajwe n’iryo fungwa ry’abo bamenyeshamakuru  ko bagiye kunguruza urwo rubanza ;Antoine KABURAHE Christine Kamikazi, Térence Mpozenzi, Agnès Ndirubusa, Egide Harerimana n’umushoferi wabo bafashwe itarike 22 gitugutu igihe bari bagiye gutohoza amakuru yavuga umugwi wa bantu bari bateye muri komine Musigati bivugwa ko binjiye bavuye i kongo. Abo bamenyeshamakuru bakaba bagirijwe gufasha guhungabanya umutekano w’igihugu. Muri kino gihe bakaba bafungiwe ku murwa mukuru w’intara ya Bubanza.
Umukenyezi umwe yaraye yishwe, umwana wiwe arakomereka mu Kanyosha
Mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatatu rishira uwa kane, umukenyezi azwi kw’izina rya Inamahoro Evangélique yarafise imyaka 33 y’amavuka yaraye arashwe n’abantu babiri batashoboye kumenyekana bamusanze ku rugo iwe igihe c’isaha 2 z’ijoro, abakoze iryo bara bakaba baciye biruka.
Abo bicanyi bamurashe amasasu atatu,  ayo masasu akaba yarakomerekeje  ku kuboko umwana wiwe azwi kw’izina rya Mugisha afise Imyaka itatu. Ababanyi b’umuhisi bavuga ko uwo mukenyezi atangorane n’imwe yarafitaniye n’ababanyi, kandi ko ata mugambwe n’umwe yarimwo. Uwo mupfasoni akaba asize abana batatu. Umugabo w ‘umuhisi akaba ariwe yaciye ahagarikwa kugira agirweko amatohoza. Iryo bara rikaba ryabere kw’ibaraba rya Kabiri muri zone ya Kanyosha  iri mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, ku metero 50 uvuye kw’ibarabara rikuru ry’igihugu rigira gatatu(RN3) rija mu ntara ya Rumonge. Igipolisi kibicishije ku cegera c’umuvugizi w’igipolisi, Moise Nkurunziza, kikaba cemeza ayo makuru yose kivuga kandi ko amatohoza yamaze gutangura.
Abanyepolitike biyemeje kuzogira umuco wokwemera mugihe barushijwe mu matora
Kuri uyu wa gatatu igekenerezo rya 30 gitugutu, Ihuriro ry’imigambwe yemewe mu Burundi n’ikigo c’ishinze kurwanya no gukinga amatati CENAP mupfunyapfunyo y’igifaransa vya koranije aberwa na politike hano mu Burundi.
Nk’uko bivugwa n’icegera c’umuyobozi wa CENAP, umupfasoni Libérate Nakimana intumbero y’iyo nama kwari ukwereka aberwa na politike ivyo basanze ku rubuga, ivyo navyo akaba yavuze ko urwaruka ruri mumingambe rubona ko abarurongoye batarukurikirana mu bikorwa vyarwo. Abanyepolitike batari bake bafashe ijambo muri iyo nama, nka Léonce Ngendakumana, icegera c’uwurongoye Sahwanya-FRODEBU akabona ko amatora atokwitiranywa na demokarasi ahubwo ko amatora ari inzira ishikana kuri demokarasi. Kabona ko amatora atariyo atera ingorane ahubwo ibiyavamwo(ivyicaro) arivyo bitera ingorane. Léonce Ngendakumana akabona ko hari ibintu bikwiye gukosorwa kugira amatora twimirije azogende neza. Agasigura ko leta na CENI boreka kwica amatwi,hakubahirizwa amabwirizwa n’amategeko na cane cane urwego rujejwe gucungera uko amakuru atangwa CNC rukareka abamenyeshamakuru bakazotangaza ibiharuro bihejeje guharurwa. Uwaserukiye inama y’igihugu y’urwaruka yasavye ashimitse ko urwaruka rworeka guherukira gukoreshwa gusa ahubwo rugashigwa imbere mu ntonde z’abazitoza. Kubwiwe ingorane zija mu rwaruka ziva hejuru aca asaba abanyepolitike kuraba ubutumwa batanga ko butaryanisha. Umushingamateka Nestor yari mu batumiwe kubwa CNL yamenyesheje ko ingoro zabo 56 kw’180 bamaze kwugurura, zimaze gusamburwa nayo abanywanyi babo bagera 160 bakaba bari mu busho. Mugihe umwe mubitavye iyo nama yamenyeshe ko hoba hari ubugeni bwabaye hagati aya CNDD-FDD na CNL, umushingamateka Simon Bizimungu asanzwe ari umunyamabanga mukuru wa CNL yaserukiye uwo umugambwe yiyamirije iyo mvugo. Naho ngo hari intambwe, agatotezo karacariho kuko ngo ingoro za CNL zigisamburwa hanyuma bikavugwa ko zasambuwe n’imvura. Ati : « hejuru nisawa ariko mu banywanyi haracari ingorane ». Mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD , Joseph Ndayisenga ajejwe imigenderanire ya CNDD-FDD n’iyindi migambwe, amashirahamwe adaharanira ivy’icaro vya politike n’amadini yari yaserukiye CNDD-FDD muri iyo nama  yamenyesheje  ko abavuga ko habaye ubugeni hagati y’umugambwe wiwe na CNL ari abifuza ko ibintu vyoguma bigenda nabi.  Aca asaba ko uwakoze ikosa yohanwa ku gatwe kiwe atiriwe arashirwako izina ry’umugambwe yoba akomokamwo, aca asaba ko imigambwe yose yotanga abazoja mu ma komite y’abose ajejwe umutekano. Nayo kubafise amakenga ko kubona batashizwe mu nzego zizotunganya amatora ko rero ashobora kuzokwibwa , yabamenyesheje ko mu Burundi amatora agoye kwibwa aca atanga akarorero ko muri kahise amatora mu Burundi yagiye aratsinda nabo batari biteze ko boyatsinda kiretse muri 2010 na 2015 umugambwe CNDD-FDD wagiye urasubira gutsinda. Iyo nama yari yatunganijwe n’ihuriro ry’imigambwe yemewe mu burundi rifadikanije n’ikigo CENAP irangiye, umupfasoni Libérate Nakimana asanzwe ari icegera c’umuyobozi CENAP yamenyesheje ko aberwa n’amatora biyemeje kuzoza barahura ataruyeri, kwiga kuvugana neza, gukora bashira inyungu z’igihugu imbere, kuzotunganya ama nama abahuza n’urwaruka rw’imigambwe yabo n’umuco wo kwemera ko barushijwe.
 Ibintu ntivyifashe neza mu mugambwe Sahwanya-Frodebu kubera kutabona abo bogira urunani
Vyose vyatanguye mu kwezi kw’icenda guheze, igihe hakorana inama y’abaserukira bandi bita CDN (Conseil des Délègues Nationaux), bakamenyeshwa ko abifuza guhiganirwa kuzoserukira umugambwe mu matora y’umukuru w’igihugu twimirije mu mwaka  w’2020, ari batatu aribo : Uwahoze arongoye igihugu Sylvestre Ntibantunganya, uwurongoye umugambwe muri lkino gihe Pierre Claver Nahimana n’icegera ciwe Léonce Ngendakumana. Amakuru duhabwa n’uwuri mu ndongozi za FRODEBU ku rwego rw’igihugu atashatse ko izina ryiwe rimenyekana avuga ko inyuma y’indwi Léonce Ngendakumana yahavuye amenyesha ko atagihiganywe mu bifuza kuzoserukira Sahwanya-FRODEBU. Kubw’ayo makuru, yahavuye aremerwa na bamwe mubari muri komite nshingwabikorwa aribo Bikorindagara Sylvestre, Phénias Nigaba na Léonidas bamusaba gusubira mu bahiganwa. Uwo nawe yaciye abumvira mu kuvuga ko yifuza gusubira mu bahiganwa kuko ngo babimusavye. Uwahoze aramutswa igihugu Slvestre Ntibantunganya aca arasokora kuko ngo atoja guhiganwa n’umukuru w’umugambwe. Isoko ryacu muri Frodebu, rikabandanya ritubwira ko hahavuye haduka impande zibiri, rumwe rwegamiye umukuru w’umugambwe Pierre Claver Nahimana, urundi rwegamiye icegera c’umukuru w’umugambwe Léonce Ngendakumana. Izo mpande zibiri, urwa Pierre claver rwifuza kwunga urunani n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, nayo uruhande rwa Léonce Ngendakumana rukifuza kugira urunani n’umugambwe CNL. Uwaduhaye amakuru akavuga ko abatifuza ko Léonce yobahagararira mu matora y’umukuru w’igihugu  bamuhora ko mugihe yo kwishira hamwe na CNL abanywanyi babo ko boca batangura gutotezwa, ko atoshobora kuganira n’umugambwe CNDD-FDD kugira habe ukubana neza  n’uwo mugambwe, bakibaza n’igituma atigeze yitoza mu mwaka w’2005, 2010 canke 2015 agashaka kwitoza ubu. Nayo abatifuza Pierre Claver Nahimana basigura bavuga ko bimugora kuvuga kandi  ko adashwashwanutse ikindi ngo ntazwi cane. Ayo makuru nyene akavuga ko Léonce Ngendakumana atacitaba haba kuri telefone canke inama y’urwego nshingwantwaro canke umukuru w’umugambwe, mbere ngo noku munsi wa mbere w’indwi ntiyitavye inama y’urwego nshingwabikorwa. Ayo makuru duhabwa n’inzira guhemuka iri mu ndongozi, akavuga ko Léonce Ngendakuma arikumwe nabamwe bamusaba gusubira mubahiganwa babonanye n’umukuru wa CNL ku munsi wa mbere, kandi bagategura ko Rwasa azoca aba umukuru w’urunani nayo Phénias Nigaba wa FRODEBU akaba umuvugizi. Twaciye turondera umukuru  w’umugambwe Sahwanya-Frodebu Pierre Claver Nahimana yatumenyesheje ko atacuka kibi kiri mu mugambwe arongoye. Yagize ati : « Aho muriko muratwinjirira, ntakibazo kihari kandi ntakindi ndenzako ». Turondeye icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya-Frodebu yatumenyesheje ko abavuga ko yari yahevye ivyo kwitoza ariko akagaruka munyuma ko ari ububeshi, ati : « Ababivuga bafatira ku migenderanire itari myiza mfitaniye na CNDD-FDD ». Kukijanye no gushaka kw’iyunga n’umugambwe CNL, avuga ko Rwasa Agathon atwara CNL asanzwe ari umubanyi wiwe bavugana, kandi  ko baheruka kuvugana haheze indwi zibiri bayaga ivya politike na cane cane ibijanye no kuzocungera amatora  naho ataduduriyeko ko bavugana ivyo kugira urunani. Léonce akamenyesha ko kuba ataraha abo mu rwego nshingwabikorwa  icegeranyo c’ivyo bavuganye na Rwasa bishobora kuba arivyo biriko biratera icuka kibi.
Akavuga ko umugambi wo kw’iyunga na CNL mu gihe yoshirwa imbere wariho, abandi nabo ko bifuza urunani na CNDD-FDD. Ariko nkuko Léonce yabandinije abitubwira urwego ruhurikiyemwo abaserukira abandi bita CDN ni rwo rwonyene rufise uruhusha rwo kwemeza ko baja mu runani nabo barugirana. Urwo narwo rwahavuye rusaba abo bahiganirwa guserukira FRODEBU mu matora y’umukuru w’igihugu kutazogira urunani na CNDD-FDD  canke CNL kuko ngo vyabonetse ko bishobora gusambura umugambwe. Ariko CDN ica isaba ko uwuzoshirwa imbere yoca araba abandi bahuje imigambi na FRODEBU boshobora kugira urunani kiretse ya migambwe ibiri. Icegera c’uwutwara FRODEBU akavuga ko atacuka kibi bafitaniye n’umukuru w’umugambwe kandi ko bavugana bakanagirana  amanama n’umukuru w’umugambwe cokimwe n’urwego nshigwabikorwa. Léonce Ngendakumana akemera ko hamwe atoshirwa imbere ngo aserukire Frodebu ko azokeza uwuzoba yizewe n’ikoraniro kaminuza rizokorana itarike 09 Munyonyo 2019.
Uwutowe ntaba agiye ngo bamumare inzara ahubwo abagiye gukorera abamutoye
Mu kiganiro Intererano Yawe ca NAWE TV musanga kurubuga ngurukana bumenyi rwa Youtube,  uwahoze arongoye igihugu Sylvestre Ntibantunganya , avuga ko ashima cane icuka kiri mu gihugu muri kino gihe twimirije amatora y’2020. Afatira ku mvugo nziza zihamagarira abantu gutekana no kw’ubahana zikoreshwa n’abategetsi  batandukanye  ndetse n’abarongoye CNDD-FDD.
Uwahoze arongoye uburundi akavuga ko igihe cose  leta yoza irahana abakoze amakosa bose  atakuraba nkunzi canke umugambwe ibintu bigenda neza, aha mbere agirako ashima urubanza rwa ciriwe abantu bahohoteye mbere bakica bamwe mu ba nywanyi b’umugambwe CNL mu ntara ya Muyinga kandi ngo abo babikoze bagira ngo ntibazokomwa komwa kubera bari « mu mugambwe uri ku butegetsi ». Naho imvugo zityoza hagati ya badahuje imigambwe zisa nizahagaze muri iyi minsi, Sylvestre Ntibantunganya  ariko asaba abajejwe guhana abakoze amakosa ko borikanura cane kuko ubugizi bwa nabi hagati y’imigambwe idahuje ivyiyumviro bushobora guhindugwa uko bukorwa. Akavuga ko kubuza abantu gushinga ingoro z’imigambwe yabo kandi babujijwe n’abandi banyamigambwe navyo nyene cokimwe no gusiga ingoro z’abandi ivyo zitosigwa ari ubundi buryo bwo kwonona icuka c’imbere y’amatora. Ntibantunganya agahanura abagiye kuzokwitoza ko atawokwihenda ngo bamutoye bamugabiye i komine, intara canke igihugu aba atorewe kurongora, ahubwo abahawe akaryo ko kubatunganiriza iyo komine, intara canke igihugu baba bamuragije. Sylvestre Ntibantunganya aranegura abanyepolitike bagiye hamwe bakavuga ko bashinze urunani ADC-Ikibiri mu mwaka w’2010, kuko ngo babeshe ko bibwe kandi atavyemezo bari bafise. Uwo yahoze aramutswa i gihugu akavuga ko amatora twimirije ahambaye cane kuko azotuma haba ukubisanya hagati y’urunganwe n’urundi, agatanga akarorero k’umwana yavutse mu mwaka 2002 agiye kuzotora mu mwaka uza nayo uwavutse mu mwaka 1994 azoba afise imyaka isabwa kugira yitoreze kuba umuhanuzwajambo wa komine n’ubushingamateka , kandi akavuga ko abo ataco bazi kubijanye n’intambara zabaye mu Burundi muri Kahise. Uwahoze arongoye uburundi agasaba abarundi kubona kandi bagashira imbere Uburundi,ntihagire uwishira imbere . Agasaba abanyepolitike gushira imbere cane cane imigambi.
Afrika itera imbere buhoro buhoro mu kworohereza abanyamitahe, Icegeranyo ca Banki y’isi yose 
Ibanki y’isi yose yarasohoye ku munsi wa kane itarike 24 gitugutu uwu umwaka icegeranyo cerekana uko ibihugu bisumbasumbanya kworohereza banyamitahe. Icegeranyo c’2020 cerekana ko Afrika itihuta mu gutera  imbere mu bijanye nokworohereza abanyamitahe. Mu bihugu 50 vyaduze ama nota harimwo bibiri gusa vy’Afrika Ico ceregaranyo kigira 17 ca banki y’isi yose, cakozwe mu bihugu 190 ku kigoro kakozwe n’ibihugu hagati y’ukwezi kwa Rusama 2018 na Rusama 2019. Ico cegeranyo gishingira ku bintu bikuru bikuru 12 : Ishingwa ry’amashirahamwe, uruhusha rwo kwubaka ku mashirahamwe, ingene amashirahamwe aronswa umuyagankuba, impapuro ndanga tongo, ingene ingurane zitangwa, ingene hakingirabanyamitahe bato bato, irihishwa ry’amakori, ingene hakorwa urudandazwa rujabuka imipaka, kwubahiriza amasezerano, ingene abatakaje ububasha bwo gusaba ingurane bafatwa, ubuzi bw’abanyamishahara amasezerano na leta. Igihugu ca Nouvelle-Zélande nico ca mbere kw’isi corohereza abanyamitahe nayo Somaliya ikaba iya nyuma, nkuko tubisoma muri ico cegeranyo ca Banki y’isi yose. Ibihugu vyateye imbere bimwe biboneka  ni Togo na Nigeria. Ibihugu cumi biza ubwa mbere muri AFrika ni izinga rya  Maurice (gifise ikibanza ca 13 ku bihugu 190), u Rwanda ruri mu kibanza ca 38 mu rutonde rw’isi yose, Maroc niya 53, Kenya 56,  Tunisie iri mu kibanza ca 78, Afrika yepfo niya 84,  mukibanza ca 85 ni Zambie, Botswana iza ubwa 87, Togo iza mu kibanza ca 97 nayo amazinga ya Seychelles ari mu kibanza c’100. Ibihugu cumi vya nyuma ni Somalie iri mu kibanza c’190, Érythrée niyi 189, Libye iza ubw’186, Sudani y’amajepfo niyi 185, igihugu c’184, Repubilika iharanira demokarasi iza ubwi 183, ubugira 182 ni Tchad,  Congo niyi 180, Guinée équatoriale iri mu  kibanza c’178 nayo  Angola niyi 177.
Urunani Cnared rubandanya kwemeza ko ruzitaba matora ya 2020
Abanyepolitike bagera ku mirongo ibiri bose bari mu runani CNARED barahuriye ku munsi wa kane n’uwa gatanu ku matarike 24 na 25 gitugutu, i kamapala mu murwa mukuru wa Ouganda. Intumbero y’uwo mubonano kwari ukurabira hamwe uko bokwitaba amatora twimirije muri 2020.
Abo banyepolitike barongowe na Muganga Yohani Minani asanzwe arongoye CNARED barumvikanye ibitari bike. Kuzoja mu matora bafise umuntu umwe yitoza kugiti c’umukuru w’igihugu, kugira intonde zimwe z’abitoza mu nama nshingamateka no mu nama mpanuzwa jambo z’amakomine. Abo banyepolitike basavye leta y’uburundi kw’ugurura urubuga rwa politike abavyifuza bose bagahiganwa. Mw’itangazo rirangiza iyo nama ry’ateweko umukono na Onésime Nduwimana, asanzwe ari umunyamabanga nshingwabikorwa akaba kandi n’umuvugizi wa CNARED, barasavye ko ama radio yigenga yugawe kuva mu mwaka wa 2015 yo kwugururwa, abanyagihugu bagashikiriza akari ku mutima atankomanzi. Iryo tangazo nyene rikavuga ko abari bitavye iyo nama bumvikanye kuba bararuhuriye Anicet Niyonkuru kubijanye n’ubunyamabanga nshingwa bikorwa yajejwe kugira aze gufasha ibikorwa imbere mu gihugu. Anicet Niyonkuru ni nawe uru nani CNARED rwari rwatumye hano mu gihugu mu natango z’ukwezi kw’10 aho yamaze indwi yose avugana n’abategetsi b’uburundi, imbere yuko asubira i bulaya aho yavuga ko agiye gutanga icegeranyo ku bari bamutumye, yari yemeye ikiganiro n’abamenyeshamakuru ariko gisiba giturumbuka.
Imigambwe FNL na CNL bariyamiriza imetero zitegerezwa kuba hagati y’ingoro z’imigambwe
Mu nama yo kurabira hamwe ingene umubano wifashe hagati y’imigambwe, isanzwe ihuza ba bulamatari bose b’intara n’abarongoye imigambwe uko ukwezi gutashe,  yarabaye kuri uyu wakabiri igenekerezo rya 22 gitugutu uwu mwaka, umukuru w’umugambwe CNL ,Agathon Rwasa, yamenyesheje ko abajejwe intwaro babagora iyo bagomba gushinga ingoro z’umugambwe wabo hagati mu gihugu aho babasaba kuyishira ku metero 1000 uvuye kuyindi ngoro z’uwundi mugambwe.
Nomu mugambwe FNL urongowe na Jacques Bigirimana, uwo awurongoye abibona kumwe na RWASA Agathon, agatangazwa n’ingene abanyamigambwe bama bahamagarirwa kubana neza ariko ingoro z’imigambwe bikananirana ko zobana neza, agasaba ko boreka n’ingoro zikabana. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukuda igihugu Pascal Barandagiye yarahagarariye iyo nama akaba nawe nyene yavuze ko imetero 1000 ari nyinshi aca asaba abajejwe intwaro ku rwego rw’intara gusubira kuvyihweza. Mu gihe imigambwe nka yose iba yifuza  gukorera ahantu hahurira abantu benshi , abanyamigambwe batavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD  bavuga ko ariwo ukunda kuja hafi y’abahurira abantu benshi nko ku metero nkeya z’isoko canke z’amasengero, iyindi migambwe ikarungikwa kure y’ivyo bibanza. Bagasaba ko imigambwe yose yofatwa kumwe ntihabemwo umwana n’ikinono.
Imyaka 26 irarangiye umukuru w’igihugu wa mbere yatowe n’abarundi agandaguwe
Ibirori vy’ukwibuka umukuru w’igihugu wa mbere yatowe n’abanyagihugu  akaba ari n’incungu ya demokarasi Melchior Ndadaye vyatangujwe n’inkuka y’imisa yo ku musabira ya bereye muri Cathédrale Régina Mundi. Iyo nkuka y’imisa yitabwe n’umukuru w’igihugu n’umutambukanyi wiwe, umukuru w’inama nshingamateka n’umutambukanyi wiwe, umukuru w’inama nkenguzamateka n’umutambukanyi wiwe , ivyegera bibiri vy’uwutwara inama nshingamateka, ivyegera bibiri vy’umukuru w’inama nkenguzamateka, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu n’umutambukanyi wiwe, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu n’abandi batagetsi batandukanye mu buzi bwa leta no mu gisirikare n’igipolisi. Imisa irangiye ibirori vy’abandanirije ku ntatemwa y’uwo muhisi  hano mu gisagara ca Bujumbura. Ninaho  humviririjwe ijambo ya shikirije itarike 01 Ruheshi 1993 ahejeje gutsinda amatora. Hibukijwe ubuzima bw’iyo ncungu ya demokarasi, akaba yavutse itarike 28 Ntwarante 1953 i Murama muri komine Nyabihanga mu ntara ya Mwaro ico gihe hakaba hari hakiri mu ntara ya Muramvya. Abavyeyi biwe ni Pie Ndadaye  na Tereza Bandushubwenge. Yize amashule mato mato mu Burundi maze acaja kwiga kaminuza i Butare mu gihugu kibanyi c’urwanda. Nk’abandi bahutu benshi b’incabwenge,  yahungiye mu gihugu c’urwanda mu mwaka 1972, aho itarike 03 mukakaro 1976 yahavuye aja hamwe na bandi mu gushinga umuhari BAMPERE yanatwaye kugeza 1979.  Mu mwaka w’1986, yagiye  hamwe n’abandi bashinga umugambwe Sahwanya-FRODEBU. Umugambwe wahavuye umushira imbere ngo awuhagararire mu matora 1993, amatora yatsinze ku majwi 64, 79 Uprona nayo bahiganwa ikaronka 32,47 kw’ijana, nayo Sendegeya yaronse ijwi rimwe kw’ijana. Intwaro yiwe ikaba yamaze iminsi 102 gusa. Akaba yahavuye agandagurwa co kimwe n’abatari  bake mubamufasha kurongora igihugu, mu nyuma ubwicanyi bukwira igihugu cose hagati y’abahutu n’abatutsi. Impunzi zitarinke zihungira mu bihugu bibanyi n’ivyakure  izindi zija mu makambi y’abateshejwe izabo hagati mu gihugu. Kuri uyu wa mbere rero itarike 21 gitugutu, Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza n’umutambukanyi wiwe Denise Nkurunziza bakaba bashize  urugori  rw’amashurwe ku ntatemwa y’ uwo yahoze arongoye uburundi Melchior Ndadaye ku ncuro ya 26 noku  ntatemwa  y’incungu itamenyekanye, hakurikira abaserukiye  ibihugu vyabo hano mu Burundi, Umupfasoni w’incungu ya demokarasi Laurence Ndadaye, imiryango yabuze ababo mu mwaka 1993 hamwe rero n’imigambwe  yemewe n’amategeko  nayo yaciye ishirako  ingori  z’amashurwe. Maze ibirori birarangira.
Uburundi buracashigaje kuriha ibice bibiri kw’ijana vy’ideni  ryo mu mwaka uheze  muri EAC
Kuri uyu wa gatanu itarike 18 gitugutu  niho ubushikiranganji bujejwe iyinjira ry’uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko East Africa Community  bwashikiriza ibikorwa bwaranguye muri   aya mezi atatu arangiye, umushikiranganji aburongoye Isabelle Ndahayo yamenyesheje  ko vyinshi vyaranguwe neza naho hari ivyagoranye. Umupfasoni Isabelle Ndahayo yavuze ko muvyaranguwe neza harimwo ama higanwa y’ivyese biraba umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC yatunganijwe . Yagarutse kandi ku ma nama atari make yakozwe mu ntumbero yuko uburundi bugumana ijunja ryabwo muri uwo muryango. Aha akaba yamenyesheje ko n’inama iraba itegurwa ry’ibwirizwa nshingiro rizogenga umuryango mu gihe ivyo kuja hamwe mu vyapolitike bizoba vyabaye. Muvyagoranye, Umushikiranganji w’ukwinjira kw’uburundi muri EAC yavuze ko ingingo zimwe zimwe zagiye zirafatirwa mu muryango wa Afrika y’ubuseruko ziteba gushirwa mu ngiro n’inzego ziraba hano mu Burundi bivuye ahanini kukutazitahura canke kuba bariko barangura ibindi. Ikindi umushikiranganji yagarutseko kw’ideni ry’uburundi muri uwo muryango wa EAC, Ndahayo yavuze ko uburundi bugisigaje kuriha ideni rigera kuri 2 kw’ijana kuyobwari  kuriha mu mwaka uheze. Abashingamateka bo muri uwo muryango wa EAC akenshi bakaba bagumye bidoga ko uburundi bufise ideni ku ntererano bwategerezwa kuriha.
Abashingamateka bararajwe ishinga  n’urubibe hagati y’intara ya Bujumbura n’igisagara ca Bujumbura
Mu gitondo co kuri uyu wa gatatu itarike 16 gitugutu, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal Barandagiye yari umutumire mu namanshingamaka mu kigobe kugira yishure ibibazo vy’abatowe n’abanyagihugu. Umushingamateka Zénon avuka mu ntara ya Bujumbura yavuze ko bitumvikana ko igisagara ca Bujumbura kibandanya cihagira ibice bitari bike vy’intara ya Bujumbura. Aha agatanga uburorera bwa Ruziba yari zone ya komine kabezi hamwe na Sororezo yahavuye ikwegerwa ku gisagara c’ubutunzi kandi atategeko na rimwe ryisunzwe, ikindi yavuze kitumvikana nuko ahabonetse inzu nziza hose haca haja ku gisagara ca Bujumbura hagakurwa ku ntara yabo. Umushingamateka akaba n’icegera ca mbere c’umukuru w’inamanshingamateka Agathon Rwasa wewe asanga vyose bifise inkomoko mu bihe bibi igihugu ca ciyemwo kugira habeho intara ya Bujumbura yahavuye yitwa rural n’igisagara ca Bujumbura atanga akarorero ko no mu Rwanda ariko vyagenze  aho mu ntara ya kigali hahavuye habamwo igisagara ca Kigali kugira batandukanye ico gisagara n’ikindi gice gisigaye bahavuye bacita kigali ngali. Umushikiranganji Pascal Barandagiye yabwiye abashingamateka ko inyishu iramba kubijanye no kwerekana urubibe hagati y’intara ya Bujumbura n’igisagara ca Bujumbura ari ikintu c’ihutirwa. Uwo mutegetsi yavuze ko integuro y’itegeko rishiraho urubibe rya maze kurungikirwa icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu n’umunyamabanga mukuru wa leta kugira rije ku rutonde rw’ibizigwa mu nama nshikiranganji.
Uwutwara umugambwe CNL muri Buhiga yahagaritswe
Umukuru w’umugambwe CNL utavuga rumwe na leta asanzwe akora akazi ko kwigisha muri komine Buhiga  mu ntara ya Karusi ari mu minwe y’igipolisi, inyuma yisakwa rya bereye ku rugo iwe hagatorwa hanze mu rugo i grenade imwe, impuzu z’igipolisi, ibikono bibiri vy’amasasu birimwo amasasu abiri. Utwara igipolisi muri iyo komine ya Buhuga aremeza ko iyo ndongozi y’umugambwe CNL ari mu maboko y’igipolisi kandi ko bariko baratohoza kuvya fatiwe mu rugo iwe.
Umuryango w’uwo mwigisha uvuga ko ari irementanya ko ahubwo ko ari abapolisi baje ku musaka boba baje babizanye bakabishiraho  kugira baronke igituma yofatwa, uwo muryango ukabona ko azira imvo za politike. Ivyemezwa n’uwutwara umugambwe CNL mu ntara ya Karusi avuga uwo mugabo yaramaze iminsi aronderwa ngo cokimwe n’abandi banywanyi ba CNL
Mu ntara ya Cibitoke naho ingoro y’uwo mugambwe muri komine Murwi  yaraye isibanganijwe n’abantu bataramenyekana. Ivyo kutihanganiranira hagati y’abanyepolitike bikaba vyari bimaze iminsi vyacureshe.
Umugambwe RANAC wakoranije indongozi zo mu burengero
Iryo koraniro ry’abanywanyi b’umugambwe RANAC bo mu ntara za Bujumbura, Bubanza, Cibitoke n’igisagara ca Bujumbura, rya tangujwe n’urugendo rwakuye imboneza ku cicaro gikuru c’umugambwe kugeza ahabereye ibirori, urwo rugendo bikaba vyavugwa ko rwateguwe mu ntumbero yo kwemeza ku mugaragaro ko bazoja mu matora yimirije. Mu bashitsi bitavye ivyo birori vya RANAC harimwo uwahoze ari umushikiranganji Bonaventure Gasutwa, umukuru w’umugambwe APDR Gabriel Banzawitonde n’abandi. Mw’ijambo ry’ikaze, urongoye umugambwe RANAC hano mu gisagara ca Bujumbura Safi Beatrice yashikirije yamenyesheje ko umugambwe arongoye ubanye neza n’iyindi migambwe naho yaciye amenyesha ko mu  ntambamyi bagira mu kwigisha umugambwe harimwo abantu   baba bashaka kwigisha ngo binjire mu mugambwe  ariko bakabaka amafaranga n’inzoga. Umukuru w’umugambwe RANAC Aloys Baricako mw’ijambo yashikirije yagarutse kurabo basaba amafaranga n’inzoga,ati : « Nimba waje mu mugambwe RANAC uje kurondera inzoga n’amafaranga wazimiye kuko twebwe dufise imigambi myiza yo kugarukira igihugu ariko nta mafaranga ». Yaciye abandanya abwira abari muri ivyo birori ko bazotsinda yisunze ko UPRONA yatsinze mu 1961 kandi Rwagasore yariko ahiganwa na PDC yarishigikiwe n’abazungu bari bafise amahera menshi, yagarutse no 193 ko umukuru w’igihugu Ndadaye Melchior yatsinze amatora kandi atagira amahera co kimwe no muri 2005 ko umugambwe uri ku butegetsi muri kino gihe CNDD FDD  watsinze amatora kandi atamahera wari bwaronke, ugatsinda UPRONA na FRODEBU bari bayafise. Baricako yaboneyeho kw’ibutsa abitavye iryo koraniro kobazoja mu matora kandi bakayacungera, ikindi ngo ntibarajwe ishinga no kuja mu migwi ikomoka kuri CENI ijejwe gutegura amatora mu ntara no mu makomine, ariko aca asaba CENI kuzoba umuhagarikizi mwiza kuko kubwiwe kahise kerekanye abatsi batari muri iyo mirwi. Umukuru wa RANAC yaboneyeho akaryo ko guhamagarira inyange(urwaruka rwa RANAC ) kutaja mu bikorwa vyo gusotorana nabo muyindi migambwe.
Narangije neza igikorwa CNARED yantumye hano mu gihugu
Mu birori vyatunganijwe n’abanywanyi b’umugambwe CDP vyo gusezera umukuru w’umugambwe  CDP akaba n’umunyamabanga nshingwa bikorwa w’urunani CNARED Anicet Niyonkuru, vyabereye ku ngoro y’umugambwe ku rwego rw’igihugu hano i Bujumbura, muri komine Mukaza. Anicet Niyonkuru yamenyesheje abaraho ko  aho bukera  asubira mu bihugu vya bulaya guha icegeranyo bagenzi we bo muri CNARED ku gikorwa bari bamutumye. Akavuga ko ashimishwa nuko yakiranguye. Niyonkuru yabivuze muri aya majambo : « Sindabasezeye ahubwo ndabahaye agahindukira kuko ngiye kugaruka vuba, ngiye gushikiriza icegeranyo abantumye ». Umunyamabanga nshingwabikorwa wa CNARED akavuga ko bayaze neza n’ubutegetsi cane cane kubijanye n’umutekano w’abanyepolitike bagiye gutahuka, ariko yirinze kugira ico ashikirije kubindi bibazo vyavuzwe ko bihanze  abanyepolitike bahunze nk’ibijanye n’imigambwe bavuga ko batswe hamwe rero n’imitahe mpuzamakungu yasohorewe abantu bamwe bamwe  harimwo na bamwe mu banyepolitike bahunze, yavuze ko n’ubu bakivugana n’ubutegetsi kugira bigende neza. Anicet Niyonkuru yabwiye Inseruka rukamvye ko umugambwe CDP wipfuza ko abanyepolitike bahunze botahuka muri uku kwezi kw’icumi turimwo baze kw’itegurira amatora. Uwo munyepolitike yavuze ati : « Naje igihe nagira nze hano mu Burundi hari abambwiye ko niyahuye, nababwiye ntireka ngende hariyo ni zindi nseruka rukamvye dupfa dupfire hamwe, ati  narinje mu bundi butumwa ». Abarongoye abandi mu mugambwe CDP bamushimiye ko yemeye ko babonana kugira bamusezere asubiye iyo yaje ava baranamukeza kubona yarizewe n’abandi banyepolitike barikumwe muri CNARED kugira aze kuvugana na leta kugira barabe ko boshora gutaha mu gihugu ca mw’ibarutse. Anicet Niyonkuru yari yaje hano mu gihugu kuva kw’itarike 5 gitugutu uwu mwaka, akaba kuri uyu wa gatandutu itarike 12 ariho azokwurira indege i musubiza iyo yaje ava.
Indyane zirabandanya hagati y’abanyepolitike batavuga rumwe n’ubutegetsi bahunze
Abanyepolitike ba barundi  bari mu bihugu vy’abulaya baheruka gushinga urunani  rushasha bise CFOR-Arusha basohoye itangazo bavuga ko Anicet Niyonkuru na Mamès Bansubiyeko bari hano mu gihugu muri kino gihe badaserukira abanyepoltike bahunze muri 2015. Iryo tangazo rikavuga ko bari mu bihugu vya bulaya imbere y’imyiyerekano ya 2015, ariko ko abo banyepolitike bashatse gutaha kugushaka kwabo inyuma yisambuka ry’urunani  CNARED-Giriteka. Jérémie Minani avugira urunani CFOR-Arusha  yateye umukono kuri iryo tangazo, akavuga ko abo banyepolitike bahoranye muri CNARED ko ubu bariko baganira n’ubutegetsi barondera inyungu zabo kandi ko CFOR-Arusha itazigera yifatanya nabo muvyo bazumvikana n’ubutegetsi mu mibonano barimwo. Minani akongera akavuga ko bamenye ko ikintu nyamukuru kiriko kiraganirwako hagati yabo banyepolitike na leta ko arifutwa ry’imitahe mpuzamakungu irondera abantu 32 bagizwe n’abanyepolitike, abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike hamwe n’abamwe mu bamenyeshamakuru bahunze, umuvugizi wa CFOR-Arusha akavuga ko mu barabwa  n’iyo mitahe mu bashaka gutaha ari 4 ariko akibutsa ko atawo batumye ngo abasabire kuyikurwako bobo. Mukurangiza iryo tangazo umuvugizi wa CFOR-Arusha ahamagarira leta Y’uburundi kureka gushaka gufata inzira ya hagufi nyabuna igatunganya ibiganiro, Jérémie Minani yita ibihurikiyemwo bose kandi bihagarariwe n’amakungu . Kubwiwe uburundi ntibuzigera bugira amahoro aramvye igihe cose ibihumbi vy’abarundi bazoba bakiri mu buguhungiro.
Ukudakunda gusohoka igihugu kw’umukuru w’igihugu ntangorane n’imwe biteye
Mu kiganiro umuvugizi w’umukuru w’igihugu  Jean Claude Karerwa Ndenzako yahaye imboneshakure NAWE TV  mushobora no gukurikirana ku buhinga bwa Youtube  yamenyesheje ko mu biro vy’umukuru w’igihugu bashima cane icuka kiri mu gihugu muri kino gihe uburundi bwimirije amatora ya 2020.  Jean Claude Karerwa yamensheje ko ribaye irya mbere mu burundi hategurwa amatora maze ibikenewe vyose vya amategeko, inzego zijejwe amatora canke uburyo bwa mafaranga bikwira hagisigaye umwaka ngo amatora abe. Umuvugizi w’umukuru w’igihugu amenyesha  kandi ko kubona umukuru w’igihugu adakunda kugira ingendo hanze y’igihugu  atasano na ritoya bifitaniye n’icuka kiri mu gihugu naho hari abavyitwaza kugira berekane ko ibijanye n’umutekano bitameze neza cane. Karerwa ati : « N’igihe igihugu cari mu ntambara abatwara uburundi barajabuka ariko ubu nta ntambara nta n’amajambo mabi ari mu Burundi, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza aguma mu gihugu kubera iyerekwa afise n’intumbero afitiye igihugu s’ugutembera. Umukuru w’igihugu ubu abandi bakuru b’ibihugu bamukeneye gusumba uko abarondera ». Nk’uko bivugwa na Jean Claude Karerwa,  umukuru w’igihugu  natangingo nimwe y’ibwirizwa nshingiro imutegeka kuja hanze kandi ntakintu nakimwe  abarundi bamusaba kurangurira hanze. Uwo muvugizi w’umukuru w’igihugu yongeye amenyesha ko n’igihe yobishakira ko yojabuka kuko afise inzego zikwiye zishobora ku musigarira canke inzego ashobora gutuma muri ivyo bihugu atiriwe arajayo. Ku kibazo kijanye n’impunzi, karerwa avuga ko ibihugu vyinshi yaba ubushinwa canke amerika vyose bifise abantu barihanze kandi amatora akaba, kira noneho ngo n’igihe uburundi bwari bufise impunzi nyinshi mu mwaka w’1993 amatora yarabaye noneho ngo nabari mu gihugu ntibazotora bose. Umuvugizi w’umukuru w’igihugu ararwa akagaruka akavuga ko kuba hari abarundi bari mu mahanga ari uruhombo ku gihugu, kubona  umushikiranganji w’intwaro yohagati mu gihugu yama agendera amakambi y’impunzi asaba abarundi gutaha, asigura ko ari umutima w’urukundo uranga umukuru w’igihugu yifuza ko abarundi bose boza bagaterera mu kwubaka igihugu.
Ugutahuka kwa Anicet Niyonkuru kuri mu ntumbero ya CNARED
Umukuru w’umugambwe utavuga rumwe na leta RANAC Aloys Baricako yagize ico avuga kubijanye n’itahuka ry’umunyamabanga mukuru w’urunani CNARED narirya barusangiye. Baricako akabona ko ugutahuka kwa Anicet Niyonkuru asanzwe arongoye umugambwe w’Inserukarukamvye CDP ari ibisanzwe kuko biri mu ntumbero yo kuzitaba amatora ya 2020 urunani CNARED  rwihaye, kandi ngo umwumvikano uracari wose muri urwo runani. Kukibazo co kumenya igituma abanywanyi ba CNARED baba hano mu Burundi atanumwe yagiye ku mwakira, umukuru w’umugambwe RANAC avuga ko umuntu agira abagenzi benshi ko nabagiye ku mwakira naho atarabo muri CNARED bashobora kuba ari abagenzi biwe, kandi ivyo birarekuwe muri politike nkuko bisigurwa na Baricako. Yarongeye ati : « Ntawubizi na bagiye ku mwakira hari igihe boba barahinduye bakaba babona ko ihinduka rikenewe », kandi yamenyesheje ko politike ari ikintu gihinduka ku mwanya ku mwanya. Anicet Niyonkuru yahungutse ku munsi wa gatandatu itarike 05 gitugutu uwu mwaka akaba yakiriwe ku kibuga c’indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye na Jacques Bigirimana arongoye umugambwe FNL.
Umunyamabanga mukuru w’Urunani CNARED yatahutse inyuma y’imyaka itari mike
Umukuru w’umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi CDP akaba n’umunyamabanga mukuru w’urunani rutavuga rumwe na Leta rwavukiye hanze y’igihugu mu mwaka wa 2015 CNARED  Anicet Niyonkuru yatahutse mu gihugu kuri uyu wa gatandatu itarike 05 gitugutu uwu mwaka.  Anicet Niyonkuru yageze ku kibuga c’indege isaha 7 z’umutaga. Uwo munyepolitike yakiriwe na mugenziwe arongoye umugambwe FNL Jacques Bigirimana, mukuva ku kibuga c’indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye abo bagabo babiri bakaba bajanye mu modoka imwe. Anicet Niyonkuru ntakintu na kimwe yashimye kubwira abamenyeshamakuru baraho, yabivuze mu rurimi rw’igifaransa ati : « Je ne parle pas ». Akaba ata munywanyi numwe w’urunani CNARED  mu basanzwe bari hano mu gihugu bigeze baja ku kibuga c’indege ku  mwakira. Uwundi munyepolitike barikumwe na Anicet Niyonkuru ni Mamès Bansubiyeko yigeze kuba umuyobozi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu ku ntwaro ya Sylvestre Ntibantunganya, ariko uyo akaba yahakanye yivuye inyuma ko adatahutse nk’uwari yahunze kuko ngo abahanze y’igihugu kuva mu mwaka 1996 kandi akaba yama yaje hano mu gihugu uko umwaka utashe. Umukuru w’umugambwe CDP  Anicet Niyonkuru yahunze mu mwaka  wa 2015 inyuma y’imyiyerekano yo kwiyamiriza  ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ni nyuma kandi yitembagazwa ry’ubutegetsi ryageragejwe  maze rikaburizwamwo uwo mwaka.
Leta y’uburundi iripfuza kunagura umubano mwiza n’ubudagi
Kuri uyu wa kane itarike 03 Gitugutu uwu mwaka ubuserukizi bw’igihugu c’ubudagi hano mu Burundi bwarahimbaje imyaka 29 iheze igihome bita « Mur de Berlin » ca gaburamwo kubiri ico gihugu gisambuwe. Muri ivyo birori uwuserukira igihugu c’ubudagi hano i Bujumbura yaramenyesheje ko igihugu ciwe kigendera ku ntumbero iba itanzwe n’ishirahamwe ry’ibihugu vya bulaya. Mu majambo  yiwe Michael Häusler yagize ati : « ijwi ry’ubudagi niryo ry’ibihugu vya bulaya ». Umudagi  Häusler yaremeje ko ugufasha leta y’uburundi vyahagaze kuva mu mwaka w’2015 bivuye ku ngingo yafashwe n’ibihugu vya bulaya ariko ngo ibihugu vya bulaya vyabandanije gufasha mu migambi iraba cane cane abanyagihugu. Uwaserukiye leta y’uburundi muri ivyo birori umwunganizi w’umushikiranganji w’imigenderanire  Ntahiraja Bernard yamenyesheje ko ubucuti bw’ ibihugu vy’ubudagi n’uburundi bwatanguye kuva mu gihe c’ubukoloni. Ntahiraja akavuga kandi ko ubwo bucuti bubonekera no mu majambo amwe amwe y’ikirundi. Ikindi avuga nuko hari n’ibimenyetso vy’igihugu c’ubudagi kuva muri kahise biri hano mu Burundi. Uwo mutegetsi mu bushikiranganji bw’imigenderanire yaboneyeho kubwira uwuserukira igihugu c’ubudagi hano mu Burundi, ko uburundi bwifuza gukorana neza nico gihugu mu kunagura imigenderanire kugira isubire uko yamye.
Abagize ama CEPI barahiye 
Mugitondo co kuri uyu wa kabiri igenekerezo 01 gitugutu abagize imigwi y’intara yigenga ijejwe gutegura amatora (CEPI) barahiye imbere y’abagize umugwi w’igihugu wigenga ujejwe amatora (CENI), ico kikaba ari ikimenyetso cerekana ko batanguye ibikorwa vyabo ku mugaragaro. Mubari bitavye  ivyo birori harimwo  abaserukiye imigambwe itandukanye yemewe n’amategeko hano mu Burundi, abaserukira amashirahamwe amwe amwe adaharanira ivyicaro vya politike hamwe n’abaserukiye amadini amwe amwe. Abagize iyo mirwi bose hamwe uko ari 155 bagize indahiro imwe bavuga bati : « Ndarahiye ko nzocungera n’umutima wanje wose, ataguhengama amatora no guharura ivyayavuyemwo mukuri ». Abo bakaba batanzwe n’imigambwe, ama dini amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike n’intwaro. Abanyepolitike batari bake bakaba batashimye ibitigiri vy’abanywanyi babo bashizwe mu migwi y’intara yigenga ijejwe gutegura amatora. Umugwi CENI ukaba waciye utanga iminsi kugira abatanyuzwe baheze bawiture iyo iminsi ikaba yararangiye. Ariko hari n’abandi banyepolitike bavuze ko ivyo ama CEPI biheze naho batabishimye, baca basaba CENI kwikubita agashi mugihe cokuzoshiraho imigwi y’amakomine yigenga ijejwe gutegura amatora(CECI) ikazoshiramwo abanyamigambwe benshi kuko aribo bambere berwa n’amatora hagushiramwo abava mu yindi mirwi. Mu kiganiro c’abavugizi b’inzego za leta cabereye mu ntara ya Rumonge itarike 25 nyakanga uyu mwaka, Filipo Nzobonariba avugira umugwi w’igihugu w’igenga ujejwe gutegura amatora yamenyesheje ko bitakunda ko imigambwe yose ija muri iyo mirwi y’intara kuko ibibanza vyari bike. Muri kino gihe imigambwe yemewe n’amategeko hano Burundi igera 35.
Ukutazokwitoza kw’umukuru w’igihugu muri 2020 n’akarorero keza kuri Afrika
Mw’ijambo ryamaze iminota 30, umushikiranganji w’imigenderanire y’uburundi nayandi makungu Ézéchiel Nibigira yari yaserukiye leta y’uburundi mw’ikoraniro kaminuza rya ONU rigira 74 yamenyesheje abaraho ko uburundi bwiteguriye neza amatora yo mu mwaka 2020 kandi ko ayo matora araba abarundi gusa. Umushikiranganji Ézéchiel Nibigira yabwiye abari muri iryo koraniro kandi ko kuba umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza atazongera kwitoza mu matora twimirije arikintu gihambaye. Ati : "N’igikorwa gikomeye ca politike na demokarasi cobera akarorero abandi muri Afrika yose n’ahandi". Nibigira yavuze ko u Burundi bugeze kure bwitegurira ayo matora kugira azobe mu mahoro, mu mwidegemvyo  no mu muco. Yavuze ko abashatse gutembagaza  ubutegetsi muri 2015 bagifise uwo mugambi wabo  ariko ko bizobagora kuwushikako. Atadomye urutoke ku bihugu yavuze ko abagifise uwo mugambi bahawe indaro na bimwe mu bihugu.Yaboneyeho akaryo ko gusaba  inama ishinzwe umutekano ya ONU kuvana u Burundi ku rutonde rw’ibihugu yigako. Umushikiranganji w’imigenderanire Ezéchiel Nibigira  yabwiye ONU ko mu Burundi hari amahoro agaragarira uwariwe wese.Yavuze kandi ko leta iriko iratera intambwe nziza igana ku kwisanzura mu gushikiriza ivyiyumviro, ukumenyeshamakuru hamwe n’amadini.
Abarongoye imigambwe batari bake barashima icuka kiri mu gihugu ariko hari n’ababona ko hakiri utunenge
Abanyamigambwe batari bake bafashe amajambo muri iyo nama yo ku kwezi ku kwezi itunganywa n’ubushikiranganji bw’intwaro yohagati mu gihugu, bagarutse kw’ijambo riheruka gushikirizwa n’abasenyeri Gatorika. Umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD Evariste Ndayishimiye abona ko ijambo ry’abasenyeri Gatorika ryasa n’irikokeza urwanko mu banyamigambwe. Evariste Ndayishimiye akaba ariko ashimishwa cane n’icuka ciza kiri mu bisagara bitandukanye vy’igihugu na cane cane Bujumbura yari yagize ibibazo himirije amatora ya 2015. Umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi yaboneyeho gusaba ko umuntu yofatwa ariko arahohotera uwundi yitwaje imvo za politike ko  vyoca bifatwa nkibi komeza icaha « circonstance aggravante »  mu gifaransa, Maze agahanwa bikwiye. Avuga kw’ijambo ry’abasenyeri Gatorika, Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal Barandagiye yamesheje ko wumvirije rirya jambo, ucubona neza ko abo basenyeri batazi aho ibintu bigeze mu gihugu mu gifaransa yavuze ko bari« déconnectés » , aca yiyemeza kuzohora atumira umwe mu ndongozi za Gatorika  mu manama atungwanya n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu kugira bamenye ukuri. Nayo kubw’umukuru w’umugambwe SAHWANYA- FRODEBU Pierre Claver Nahimana,ijambo riba ryashikirijwe n’abasenyeri ntirikwiye guca rigirwako ibiganiro muma nama y’abanyepolitike ko nyabuna hoba ukuvugana hagati ya Gatorika na Leta narirya leta yamayavuze ko bafitaniye imigenderanire myiza. Yishura Pierre Claver Nahimana, Umushikiranganji Barandagiye yavuze ko bazovugana kandi ko kuvuga ivyo bavuze mu manama ya politike atakibazo abibonamwo nkuko abivugana nabo bavuze politike. Uwundi yafashe ijambo n’umu nyamabanga mukuru w’umugambwe CNL  Bizimungu Simon, aho yahakanye ivyagirizwa umugambwe wiwe vyose agira ati : « CNL n’umugambwe wemewe n’amategeko yahano mu Burundi kandi ntuhanganye na leta, twebwe twigisha abanywanyi bacu kwubaha amategeko n’abarongoye inzego z’igihugu. Uwufashwe agira ikosa naho yoba umu CNL nahanwe bataravye umugambwe akomokamwo ». Uwa serukiye umugambwe RANAC nawe yagarutse kubashirwa mu migwi ijejwe gutegura amatora mu ntara n’amakomine(CEPI& CECI), iyo Mboneza ya RANAC ikaba yasavye ko aboshirwa muri iyo mirwi boba cane cane abanyamigambwe kuko aribo barondera inyungu ubwa mbere mu matora. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu akaba yashimiye intara zigenjeje neza mu kubumbatira icuka ciza c’imbere ya matora twimirjije arizo Igisagara ca Bujumbura, Gitega na kirundo aca asaba intara za Rutana, Makamba na Bururi kwigira kuri izo zitatu za mbere.
Abarongoye imigambwe n’ababuramatali b’intara basubiye guhura kugira basuzume uko icuka c’ifashe mu gihugu
Abahawe ijambo ubwa mbere bari ba bulamatari b’intara zose z’igihugu, bose bavuga ko bagirishije ama nama abanyamigambwe mu ntara, kandi nka bose bamenyesha ko icuka cateye imbere mu ntara barongoye . Muri Muyinga umupfasoni Aline Manirabarusha avuga ko mu ntumbero yuko icuka coba ciza yatunganije inkino zahuza urwaruka ruva mu migambwe yose n’igipolisi, ikindi avuga ko yatunganije inama n’urwo rwaruka ruva mu migambwe itandukanye aho bose basanze bapfa ubusa mbere yongeyeko ko yaciye arugurira n’icupa basangirira hamwe bahejeje iyo nama. Bulamatari akaba yoboneyeho kubamenyesha ko uko bagize inama kira umugambwe uzoshikirwa ugasorora. I Ngozi ho Bulamatari Albert Nduwimana akaba yavuze ko hashinzwe umunsi wahariwe kunywana hagati y’abanyamigambwe batandukanye, uwo munsi ukazohimbazwa itarike 04 gitugutu uyu mwaka. Bulamatari w’intara ya Rumonge we yavuze ko abanywanyi ba CNL babasavye kuja mu makomite y’umutekano ahurikiyemwo bose ariko banse .Ikindi Bulamatari Juvénal Bigirimana yamenyesheje n’uko abafashwe  bagiye ku bomora ingoro ya CNL aho mu Rumonge bari abo muri CNL nyene, akavuga ko bafashwe n’abo muri komite y’umutekano ihurikiyemwo bose bafise ibikoresho vyo kubomora. Bulamatari akavuga ko baciriwe umunyororo w’imyaka ibiri yo gufungwa kandi ko n’uwu twara umugambwe CNL aho mu Rumonge yemeye ko ari abanywanyi biwe kandi batarenganijwe. Umuhanuzi mukuru w’abulamatari w’intara ya Bujumbura yaserukiye Bulamatari, yagirije aba CNL bo ku mitumba ibiri ariyo Musenyi na Raro yo muri komine Nyabiraba ko batunze inkoho, aKavuga ko bama basavye ababatwara mu mugambwe ko bobabwira bakabisubiza. Bulamatari w’intara ya kayanza we akaba yagarutse ku matangazo asohorwa na Gatolika, aca amensha ko abanywanyi ba CNL bo muri zone Kabuye baciye bafata ingoma imisa iheze bigina ijambo ry’abasenyeri. Bulamatari wa Bururi nawe yavuze ko ahanzwe n’ugukundisha intara abayivukamwo bose, akavuga ko abakunda gutera ingorane ari baba bavuye ahandi
N’abandi aba ba Bulamatari bafashe amajambo bagaruka kubisa n’ivyo nkabose bakaba barashizeho imigwi y’ubuhinga bwa none WhatsApp(groupes WhatsApp) irimwo abarongoye imigambwe mu ntara n’abarongoye intara kugira baze barahanahana amakuru. Ivyo bikabavyashimwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal Barandagiye aca asaba ko naho iyo migwi itarashirwaho yoshirwaho.
Abavugizi b’inzego zitandukanye barishuye ibibazo vya politike n’umutekano, turagaruka ku nyishu zimwe zimwe
Ivyabajijwe mu gisata ca Politike Mu bibazo vyagarutse harimwo ikijanye n’ijambo ryashikirijwe kuwa 22 nyakaga 2019 n’abasenyeri Gatorika  mu mashengero yose , Prosper Ntahorwamiye avugira leta y’ubundi akaba n’umunyamabanga mukuru wayo yamenyesheje k’uburundi bwinjiye mu nzira ya demokarasi, ijambo ry’abasenyeri  kandi ko bumvise iryo jambo kandi atawe ryo tsitaza. Ntahorwamiye yarongeye amenyesha ko leta na Gatorika ko bafitaniye imigenderanire myiza.  Ariko aca avuga ko bibaye ngobwa leta ishobora kugira icivuze hanyuma. Ikindi kibazo cagarutsweko n’ikijanye  n’ indirimbo zavugijwe mu gihe cogusozera urumuri rw’amahoro zasaba Umukuru w’Igihugu  Petero Nkurunziza gusubira kwitoza. Umuvugizi w’umukuru w’igihugu avuga  ko atakintu nakimwe cotuma umukuru w’igihugu ahindura ivyo yavuze. Kukibazo c’uko hamwe hobura uwumusubirira muri CNDD FDD, J. Claude karerwa yavuze ati : « Dufate ibidashoboka ko uwumusubirira abuze tuzoronderara ahandi canke no mubamenyesha makuru ». Nayo kubijanye na raporo za ONU muvya gateka ka muntu Prosper Ntahorwamiye yamenyesheje ko izo raporo za ONU zama zifatiye kumvo za politike, arinaco gituma leta iheza ikama iziyamiriza, Ntahorwamiye akavuga ko n’umupfasoni asanzwe ari  icegera c’umunyamabanga mukuru wa ONU Bintu Keita yagendeye uburundi kandi ko yiboneye ko mu  Burundi hari amahoro. Ikindi kibazo Umuvugizi wa Leta Ntahorwamiye yishuye nikijanye n’ibiganiro  vyabaye hagati y’umuhuza w’abarundi n’abanyepolitike batavuga rumwe na Leta bari muri CNARED, yamenyesheje ko atabiganiro nkivyo mu 1994, 95,….2005 bikiriho. Abashaka gushikira ubutegetsi boca mu matora, abafise imitahe nabo bakabanza bakarangiza ibibazo vyabo n’ubutungane. Kubijanye n’abanyamigambwe bidoze ko imigambwe yabo itashizwe mu migwi y’intara ijejwe gutunganya amatora CEPI . Umuvugizi wa CENI Nzobonariba  yagize ati : « abaja muma CEPI bangana 155 bose hamwe hajamwo abaserukira amakomine uko angana, hajamwo abaserukira amashirahamwe yigenga, amadini, hamwe rero n’abaserukira imigambwe yemewe ubu igera ku 33. Bose rero ntibarikujamwo ngo bikunde ». Harabajijwe kandi ikijanye n’ugutahukana impunzi  kunguvu , umuvugizi w’intwaro Tharcisse Niyongabo yarahakanye  ko ata mpunzi zizotahukanwa ku nguvu ariko ko hazotahukanwa abagera ku bihumbi 15 baba muri Tanzaniya batagira ivya ngombwa. Mubijanye n’imigenderanire ,ku kibazo c’uko uburundi bwoba bwarankiwe kwinjira mu muryango w’ibihugu vyo mubumanuko (SADEC),   Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire nayandi makungu yavuze  ko uburundi butankiwe kuja mw’ishirahamwe SADEC ahubwo ko bwasabwe gutenyenya kuko ngo naho umurwi wa rurungitswe hano mu gihugu n’iryo shirahamwe hari ivyo washimye, ngo n’amakenga ntibayabuze na cane cane ajanye n’ukumenya nimba uburundi bwoshobora gutanga intererano zisabwa n’iryo shirahamwe. Murico kiganiro caremeshejwe mu ntara ya Rumonge , harabajijwe n’ibijanye n’ibisigarira vy’umwami  Mwambutsa IV, Jean claude Karerwa Ndenzako avugira umukuru w’igihugu avuga ko hari ukuvugana hagati y’ama leta kugira ibisigarira vy’umwami Mwambutsa biri mu buswise bitahukanwe, ndetse sivyo gusa yongeyeko ko hari n’ivyanyazwe n’ububirigi vyanyazwe c’ubukoloni.    Ibibazo vy’abajijwe mu gisata c’umutekano Kubijanye n’ibitero vy’ivyihebe vy’aba El Shabab  bikorwa ku ngabo z’abarundi zagiye gufasha kugarukana amahoro n’umutekano i Somaliya kandi uwo murwi usa n’uwongereje inguvu muri iyi minsi,  Umuvugizi w’igisirikare yameyesheje ko  ibitero bitagabwa ku ngabo z’uburundi gusa  ari ku basoda bose bagiye gufasha kugarukana amahoro harimwo n’abasoda ba somaliya.  Akavugako atawovuga ko shabab yazanye inguvu nshasha canke ubuhinga bushasha. Floribert Biyereke avuga ko uwo murwi witerabwoba uriko utera igere ryanyuma. Umuvugizi w’igipolisi yarabajijwe n’ifatwa ry’amahanga bagera 138 barungitswe iwabo na cane cane bava mu gihugu giharanira demokarasi ya kongo. Pierre Nkurikiye yamesheje ko ivyo ari ibikorwa vya misi yose kandi igipolisi kigiye kubandanya kurondera abanyamahanga baba aha mu Burundi badafise ivya ngombwa bibibarekurira.
Abanyamahanga bose  baba aha mu Burundi badafise ivyangombwa bagiye kuronderwa birukanwe
Mu kiganiro umuvugizi w’igipolisi c’uburundi yahaye abamenyeshamakuru ku muhingamo wo kuri uyu wa mbere, Pierre Nkurikiye, yamenyesheje atarya umunwa ko igikorwa co kuraba ko abanyamahanga bose baba ku butaka bw’uburundi bakwije ibisabwa n’amategeko ari akazi  ka misiyose k’igipolisi, kandi ngo kigiye kubandanya.
Nkurikiye akaba yemeyesheje ko abo basanze badakwije ivyangombwa baca bihuta kubasubiza iwabo. Mu mezi abiri aheze abanyamahanga bagera 138 barasubijwe iwabo, abaheruka gusubizwa iwabo mu ndwi iheze  akaba bari abanyeshure 30 bava muri repubilika iharanira demokarasi ya kongo nkuko vyavuzwe n’uwuvugira igipolisi c’uburundi. Mbere kubw’uwo muvugizi ngo gusubiza iwabo abadakwije ibisabwa ni ibisanzwe kuko n’ibindi bihugu bibanyi vyama vyarungitse abarundi badakwije ibisabwa n’amategeko. Umugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye agahamagarira  abayobozi b’amashure cane cane za kaminuza, abakoresha mu buzi butandukanye n’abajejwe intwaro kuraba ko abanyamahanga baha amashure, baha ubuzi na batwara aho baba ko bakwije ibisabwa,  navyo akaba ari urupapuro rw’inzira cokimwe n’uruhusha bita visa rutanga uburenganzira bwokuba no gukora hano mu Burundi. Kubijanye n’abanyamahanga bafise ivya ngombwa vy’uburundi (nka karangamuntu) kandi batabirekuriwe ngo bafashwe bazobanza guhanirwa icaha cogukoresha impapuro za magendo imbere yokurungikwa iwabo. Mugihe  Vital Chiloza arongoye ishirahamwe ry’abanyeshure bava mu gihugu ca repubilika iharanira demokarasi ya kongo yahamagariye abanyeshure bava muri ico gihugu  guhagarika ivyigwa kugira biyamirize irungikwa rya benewabo 30 i kongo, umuvugizi w’igipolisi yabasavye kubanza gusoma neza amategeko narirya ari incambwenge kuko ngo hashobora gufatwa n’izindi ngingo zihambaye kuko bazoba bariko baraburagiza ibikorwa vy’igihugu atari n’icabo.
Abel Gashatsi aratangazwa n’abavuga ko ikiringo ciwe co kurongora UPRONA carangiye 
Mugice ca kabiri c’ikiganiro umukuru w’umugambwe wa Rwagasore Abel Gashatsi yahaye NAWE TV yokubuhingwa bwanone Youtube, yarakuriye inkoni kugishitsi abadasigana boba babona ko ikiringo ciwe co kurongora umugambwe coba cararangiye,  ngo sivyo na gato. Abel Gashatsi agahamagarira nyabuna abo babivuga ko bobanza bagasoma neza amategeko agenga umugambwe. Gashati ati : « Hari n’abadufashije kwandika amategeko muri abonyene babivuga ariko batakiyibuka kubera ngirango baciye baja mu bindi bagaca bayibagira, hari nabandi babivuga ugasanga amategeko bayafata nkayo mu 93 kubera batacitaho ibikorwa vy’umugambwe ». Kukibazo co kumenya ko kuba umugambwe UPRONA waragize umunsi mukuru igenekerezo rya 14 myandagaro 2019 wibuka imyaka 3 iheze urongowe n’indongozi witoreye, zari kuba zarangije ikiringo uwo munsi nyene. Umukuru w’umugambwe UPRONA asigura ko abitavye ikoraniro rya mushize ku burungozi bw’umugambwe babonye ko yorangiza ikiringo c’imyaka itatu mugihe cokwitegurira amatora ya 2020, baca bafata ingingo yo guhindura amategeko ntunganya mugambwe kugira ivyo biringo bibiri bihambaye ntibihurirane, maze ikiringo c’umukuru w’umugambwe kikazomara imyaka ine n’ukuvuga ko kizorangira inyuma y’amatora twimirije. Kukibazo c’abadasigana bari banditse urwandiko biyamiriza umukuru w’umugambwe mbere bakamwagiriza amakosa 28 harimwo iryo gusesagura ubutunzi bw’umugambwe, amenyesha ko ibice birenga 90 kw’ijana vy’abari basinye kuri urwo rwandiko ngo barisubiyeko baragaruka mu ruhongore. Abel Gashatsi yamenyesheje kandi ko n’abahoze mu mugambwe wa Rwagasore ariko ubu bari mu mizero y’abarundi, bayaze kugira bagaruke mu mugambwe ariko ngo ntaco bashitseko kubera abo bari mu mizero y’abarundi basaba ko abarongoye UPRONA ubu bova kuburongozi kandi ngo bagaharika ibikorwa vyose vy’umugambwe, ibitemewe n’abarongoye umugambwe ubu, maze ibiganiro vyabo birangira uko.
Ama Grenade yatowe ku Musaga
Mugitondo co kuri uyu wa mbere itarike 23 nyakanga 2019,  muri zone ya Musaga iri muri komine Muha muma jepfo y’igisagara ca Bujumbura, hatowe ibisasu ntezwa bibiri  bita Grenade mu gifaransa. Ivyo bisasu vyatowe mu kibanza carimwo inzu ziheruka kubwomorwa n’uwahaguze kugira yubake inzu nshasha kuko izo zari zihasanzwe zari zishaje. Abafundi bariko barubaka nibo bahamagaye igipolisi kugira cakire  ivyo bigwanisho vyari bihamvye mu kamwanya ahahora inzu, bikikekwa ko abahora bapanze muri urwo rupangu ubu batakihaba aribo boba barabihahamvye. Tugerageje kubaza bamwe mu bapolisi bari baje kuraba ivy’ivyo bisasu batubwiye ko atavyinshi bovuga ariko ko amatohoza yatanguye.
Leta yagize icivuga kw’itangazo ry’abasenyeri  Gatolika
Mu Kiganiro icegera ca Mbere c’umukuru  w’igihugu Gaston Sindimwo yahaye Imboneshakure yo kubuhinga bwa none NAWE Tv, mushobora gukurikirana kuri Youtube, Uwo mutegetsi avuga ko bubaha abungere katorika ariko ko kitari igihe ciza cokuza barasohora amatangazo kuko ngo hari abagifise ibikomere vy’ivyabaye muri kahise. Gaston Sindimwo avuga ko abatigenza neza bari hose ati tubasanga mbere no mumashengero nyene, ariko akemera ko hari abanywanyi b’imigambwe bagishaka kwigenza nabi mugushaka kwifata nkabajejwe intwaro ndetse ngo hariho na bamwe bamwe mu bajejwe intwaro ku mitumba bashaka gusa nabasuzugura ingingo ziba zafashwe n’abatware babakurira, ariko ngo abatari bake  babigenza gutyo baramaze guhanwa, kandi ngo ntabazogira izo nyifato zogusuzugura canke zokutihanganiranira muvya politike bazosigara badahanywe. Uwo mutegetsi agasaba abo basenyeri kwizera leta kandi bakizera ko amatora ariko arategurwa kandi azogenda neza. Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu agahamagarira abo basenyeri Gatorika kuba barondera indongozi z’igihugu kugira bababwira ivyo babona bitagenda neza kugira bikosorwe imbere yokwihutira gusohora amatangazo.
(adsbygoogle = window.adsbygoogle || []).push({});
Icuka c’imbere y’amatora ntigihumuriza inama nkuru y’abepiscopi  Gatolika
Mw’itangazo inama nkuru y’episikopi Gatolika yaraye isohoye ry’anasomwe mu mashengero yose ya Gatolika kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 22 nyakanga, iyo nama isaba abakirisu n’abarundi bose ko atawokwigira sindabibazwa mu biringo bihambaye  vy’amatora uburundi bwimirije. Ikindi gishimisha abo basenyeri  ngo naho impinga ikiri ndende n’uko abarundi bariko baravavanura n’agatima ka macakubiri y’ubakiye ku ntwaro zigikenye, kandi ko batahuye ko inzira yonyene yo kubisikaya ku butegetsi ko ari inzira y’amatora. Abandi bashimirwa n’abo bungere Gatolika n’abashizwe imbere n’igihugu ngo batunganye amatora  kuko bariko bararondera ko aboyega bose bogira uruhara ruboneka mugutanga intererano zabo. Ariko rero abo basenyeri Gatolika bararwa bakagaruka bakavuga ko hari n’ibitagenda neza . Bakagira bati : « Mu ntara zimwe zimwe haribonekeza ubugizi bwa nabi burimwo mbere n’ubwicanyi bufatiye kumvo za politike. Ahatari hake bugakorerwa cane cane abatavuga rumwe na leta kandi ahenshi ubutungane ntibubanguke mu kwerekana ko buriko burahana ». Inamankuru y’abepisikopi ikabona ko ahenshi mu gihugu hari ukwitiranya umugambwe uri ku butegetsi n’intwaro, aha ntibarya umunwa baradoma urutoke ku rwaruka rw’uwo mugambwe mbere ngo rushaka gusubirira abajejwe umutekano. Abo bungengere kandi baragaruka no ku mpunzi z’abarundi zikiri mu makambi y’impunzi zitazoshobora kuza kwitorera, bakavuga ko vyobaye vyiza kandi bikabashimisha amatora abaye baratashe ariko ngo bagataha kugushaka atagahato kagiyemwo . Abasenyeri  bakabona ko n’ubukene bushobora gutuma hari abagira utwo bapfumbatishwa maze ngo bakazotora abatagira imigambi ngira kamaro ku gihugu. Ikindi gihagaritse umutima inama nkuru y’abepisikopi Gatorika  nuko ngo abana bato bato bariko baratamikwa politike. Abasenyeri Gatolika barangiza iryo tangazo ariko baremesha abakirisu babo ko batocika intege  bakabasaba kuba abaremesha amahoro aho baherereye hose.
Umurwi ujejwe gutegura amatora watanguye gushikiriza intode mfatakibanza z’abazoja muma CEPI
Ico gikorwa co gushikiriza izo ntonde mfatakibanza ca bazoja mu mirwi y’intara ijejwe amatora, cahereye mu ntara ya Ruyigi aho hashikirijwe abagera 9 bagenywe ngo baje mu murwi w’iyo ntara ujejwe amatora (CEPI-Ruyigi). Mubashizwe muri uwo murwi harimwo abavuye mu migambwe, uwaserukiye intwaro, abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike. Muvyashikirijwe n’abarongoye imigambwe ngo n’uko hashizwemwo uwuserukira umugambwe PIEBU n’uwuserukira umugambwe PL kandi ngo muvy’ukuri ngo iyo migambwe ntikorera aho mu ntara ya Ruyigi, n’ishengero Katorika ntiriri muri uyo murwi kuko ngo itatanze ivyangobwa vy’abayiserukira. CENI ikaba yaciye isaba abitavye ivyo bikorwa ko boshikiriza utunengene babona muri urwo rutonde  mu minsi itatu. N’umurwi ujejwe amatora mu ntara ya Gitega washikirijwe, uwo murwi ugizwe n’abantu 13 urimwo imigambwe CNDD-FDD, CNL, FROLINA, UPRONA hamwe n’abandi bavuye ahandi. Uwutwara umugambwe SAHWANYA –FRODEBU mu ntara ya Gitega  Norbert Ndihokubwayo agatangazwa cane no kubona umugambwe arongoye utigeze uronswa n’umuntu n’umwe  aja muri CEPI aho i Gitega kandi ngo ukorera mu makomine yose ya Gitega uko ari 11. Umushingamateka Georges Nshimirimana arongoye CNDD-FDD i Gitega ahamagarira abatorewe kuja mu murwi w’igihugu ujejwe amatora muri iyo Ntara ya Gitega ko bokora badahengamye bakazokorera bose kugira hanyuma babizere,  kandi bereke n’ababarungitse ko babarungitse babikwiye. Igikorwa co gushikiriza izo ntonde kikaba kizobera mu ntara zose z’igihugu kandi kikazorangira kuri uyu wa gatanu itarike 20 nyakanga 2019. Mw’ishikirizwa ryizo ntonde haratumirwa abanyamigambwe batandukanye baba bakorera muri iyo ntara, abadaharanira ivyicaro vya politike baba baserukira amashiramwe yabo mu ntara, abamashengero hamwe rero n’abajejwe intwaro.
Urwego rw’umuhuza ruriyamiriza ibivugwa ko hari ibiganiro vya poritike rwatunganije
Urwego rw’umuhuza w’abarundi  rumenyeshako ata mugambi uriho w’ibiganiro vya poritike uriko uratunganywa kandi ata biganiro vya poritike biremeshejwe n’urwego rw’umuhuza w’Abarundi biriko biraba. Mw’itangazo umuvugizi w’umuhuza w’Abarundi yashikirije inyuma yaho hakwiragiye inkuru ku mbuga ngurukanabumenyi ko umuhuza w’Abarundi yagiraniye i Nairobi n’abanyeporitike batavuga rumwe na reta baba hanze y’igihugu ,Juma RUKUMBI avuga ko mu rugendo umuhuza yatunganije muri Misiri na Kenya yahuye n’abanyeporitike batavuga rumwe na reta baba hanze y’igihugu ariko badakwirikiranwa n’ubutungane kandi bipfuza gutaha mu gihugu kandi badashaka gukoresha igikenye,mu ntumbero yo kubahamagarira gutahuka mu gihugu cabo. Muriryo tangazo,Juma RUKUMBI avuga ko uwo mubonano ugitangura ,umuhuza w’Abarundi yamenyesheje ashimitse abo banyeporitike yuko Atari ibindi biganiro mpuzabarundi  bisubiye kwugururwa kandi kuwo mubonano wabaye mu rukurikirane rw’izindi nama zimaze kubera hagati mu gihugu canke hanze kandi zigakorwa hisunzwe amabanga umuhuza ahabwa vyongeye yabikoze yisunze ibwirizwa ribimurekurira mu mabanga yiwe ata bikoze kubera reta canke kw’izina umukuru w’igihugu. Uwo muvugizi w’umuhuza w’Abarundi avuga ko bimwe abo banyeporitike bashikirijwe muriyo nama vyokorwa imbere yuko bataha ari kuronswa ibitabu vy’inzira,kwemererwa gutahuka bose bari kumwe mu murwi umwe,gusubiramwo umurwi utegura amatora CENI ,gupfungura imbohe za poritike ,kugururirwa imiryango muvya poritike ,gukuraho imitahe ikurikirana bamwe bamwe muribo hamwe no kuronswa umugwi wihariye ubacungera umutekano. Juma RUKUMBI avuga ko kandi muruwo mubonano abo banyeporitike basavye kw’imbere yuko bataha mu gihugu hobanza kuba inama irimwo intumwa yarungintswe na reta kugirango ibahe umuco kuvyo basaba. Muriryo tangazo Juma RUKUMBI aheraheza avuga ko kuvyo basavye umuhuza w’abarundi yabishuye ko muri kino gihe ivyo Reta iriko yihutira yashize imbere ari ugutegura amatora yo mu mwaka uza wa 2020 hamwe no gushira mu ngiro umugambi w’igihugu w’iterambere w’umwaka wa 2018 gushika mu mwaka wa 2027.
Umugambwe UPRONA wahimbaje imyaka 58 irangiye batsinze amatora
Ibirori nyamukuru vyo kwibuka iyo myaka iheze batsinze amatora yo 1961 vyabereye ku ngoro y’umugambwe iri ku Mugumya.  Mw’ijambo ryashikirijwe n’ umukuru w’umugambwe Abel Gashatsi yagarutse kubo yavuze ko bashaka kwiyita abadasigana naho atashimye kuvuga abaribo. Yagize ati : « Kwiyitirira umugambwe utazi ico warariye canke umaze iminsi ufungura n’ibisanzwe ». Abel Gashatsi yanavuze kandi ko bipfuza intsinzi mu matora yimirije, ngo ibikorwa bamaze kurangura vyerekana ko intsinzi imota. Umukuru w’umugambwe wa RWAGASORE yiyamirije yivuye inyuma abavuga ko umugambwe UPRONA woba warateye ingorane mu gihugu. Yanashimangiye ko umugambwe Uprona ataceyi uteye. Gashatsi ati ntamugambwe numwe wokwigereranya na UPRONA kuvyo wakoze kuko ntawundi uzorondera ukwikukira. Yanatekereye impanuro abadasigana abasaba kubana neza n’abo badasangiye umugambwe. Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo asanzwe ari n’umudasigana, Mw’ijambo ryiwe yagarutse nawe nyene naho atavuze amazina  kubiyitira UPRONA, yamenyesheje kwivyo babigira kuko UPRONA ari mureke arengane. Umudasigana Sindimwo yanamenyesheje ko atacaha na kimwe urwaruka rwa ba porona JRR bakoreye igihugu ariko akavuga ko hari abadasigana bamwe bamwe bagiye mu bugizi bwa nabi,  ariko ko ata mugambwe wa batumye. Uwo mutegetsi yaboneyeho no kumenyesha ko UPRONA yaronkejewe n’umugwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora umudasigana umwe umwe mu ntara zose baja mu migwi y’intara ijejwe amatora maze abasaba kwitegurira intsinzi. Muri  ivyo birori ninaho hatangiwe udushimwe ku makomine yitavye gasumba ayandi amanama y’abadasigana aheruka gutunganywa mugihugu cose. Ikomine yaje ubwa mbere ni Vugizo yo mu ntara ya Makamba yaciye ironswa icuma kiduza amajwi bita bâfre, nayo komine ya kabiri yabaye Gisozi  yo mu ntara ya Mwaro, iya gatatu nayo ni Mutambu yo mu ntara ya Bujumbura izo rero nazo zaronkejwe ibitenge vy’umugambwe, ubwo bushimwe bwose bukaba bwatanzwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo. Ivyo birori vy’atangujwe n’ugushira ingori z’amashurwe ku ntatemwa y’umuganwa Rudoviko Rwagasore ku musozi wa Vugizo hano i Bujumbura.
Abanyepolitike barabandanya kugira ico bashikirije kubijanye n’intonde z’abazoja muma CEPI
Umukuru w’umugambwe RANAC, Aloys Baricako,  aratangazwa cane no kubona imigambwe itatu gusa atashimye kudomako urutoke ariyo yiharije ica gatatu c’abari mu migwi  ijejwe amatora mu ntara( CEPI). Aloys BARICAKO akavuga ko naho CENI yanditseko ari intonde z’imfata kibanza, ngo ivyo nibihendwa abana kuko atazobazosubiramwo,  ngo ivyobashobora kuzokosora n’ugukuramwo abatavuka mu ntara banditswemwo gusa. Umukuru wa RANAC akavuga ko n’icizere bari bagize kuri  mugwi CENI ko ugiye gukorera ku mugaragaro  gisa  ni cagabanutse. Uwo mugambwe uharanira impinduka ukavunira akagohe CENI ko yokwikubita agashi mugihe co gushiraho intonde z’abazoja mu mirwi y’amakomine ijejwe  gutegura amatora (CECI) mukwerekana  ishaka gukorera bose. No mu mugambwe urunani rw’amahoro APDR  bagize ico bavuga, Gabriel Banzawitonde awurongoye arakeza umurwi ujejwe gutegura amatora CENI kuba waranyarukije mugusohora intonde z’imirwi ijejwe gutegura amatora mu ntara ariyo CEPI, ariko uwo mugambwe ngo ugatangazwa cane n’uko ufise abanywanyi bake muri iyo mirwi. Gabriel BANZAWITONDE asaba CENI ko imbere yokuja gushikiriza izo ntonde abarongoye imigambwe itandukanye mu ntara ko nyabuna yobanza kuzishikiriza abarongoye imigambwe ku rwego rw’igihugu, bakagira ico bazivuzeko kandi ikabereka ico yafatiyeko. Umugambwe CNL urongowe n’umushingamateka  Agathon Rwasa  cokimwe n’umugambwe w’abadasigna UPRONA bavuga ko bazogira ico bavuze izo ntonde mfatakibanza zimaze gushikirizwa icese. Atagihindutse bitegekanijwe ko CENI izoshikiriza ku mugaragaro izo ntonde mfatakibanza ku munsi wa 4 na 5 w’indwi.
Umunywanyi umwe wa SAHWANYA-FRODEBU niwe ari muma CEPI mu gihugu cose
Mw’itangazo umugamwe w’incungu ya demokarasi Melchior NDADAYE wasohoye kuri uyu wa gatatu, uvugako wihweje intonde mfatakibanza za sohowe n’umugwi ujejwe gutegura amatora(CENI) z’abazoja mu mirwi y’intara ijejwe gutegura amatora(CEPI), waciye ubona ko CENI itariko ikorera mu muco kandi iriko irakumira bamwe bamwe, bica bituma ngo batakaza icizere kubijanye n’itegurwa ry’amatora yimirije. SAHWANYA- FRODEBU ikavuga kandi ko mugihe CENI yahora ikoranya imigambwe bavugana ibijanye n’ishirwaho ryama CEPI, ngo biratangaje kuba itasubiye kubakoranya kugira ibereke inyishu y’igikorwa baranguriye hamwe. Uwo mugambwe ubandanya uvugako ico wabonye aruko CENI itasabikanirije neza ibibanza imigambwe ngo ni mugihe hari imigambwe ifise muri iyo mirwi abanywanyi benshi, nayo SAHWANYA-FRODEBU umunywanyi umwe wayo ngo akaba ariwe yashizwe muri iyo mirwi mu gihugu cose. Umugambwe wa NDADAYE ukarangiza iryo tangazo usaba CENI gutegura inama kugira ishikirize izo ntonde mfatakibanza aberwa bose n’amatora ku mugaragaro ngo nkuko yiyemeje gukorera ku mugaragaro, kandi ngo nisubiremwo izontode mfatakibanza mugusabikaniriza neza ibibanza imigambwe izitaba amatora, kugira ngo bizogende neza  no mwishirwaho ry’imirwi ijejwe amatora mu makomine(CECI).
Magufuli dit que son parti restera au pouvoir "pour l’éternité" en Tanzanie
Le président tanzanien John Magufuli a affirmé que le parti dont il est le leader resterait "au pouvoir à jamais, pour l’éternité", dans une allocution retransmise lundi soir en direct à la radio et à la télévision. "Le CCM (le Chama cha Mapinduzi) est le parti au pouvoir, il restera au pouvoir à jamais, pour l’éternité", a déclaré le président Magufuli, lors du lancement à Kibaha, près de Dar es Salaam, des travaux de construction d’un centre de formation des cadres de son parti, dédié à la mémoire de Julius Nyerere, père de l’indépendance de la Tanzanie et fondateur du CCM. "Ceux qui s’y opposent auront toujours des problèmes", a poursuivi le chef de l’Etat tanzanien. "Le CCM est là et continuera d’être là, toujours et à jamais. Membres du CCM, vous pouvez marcher la tête haute. Il n’y a pas d’alternative au CCM", a ajouté M. Magufuli, en présence de membres de son parti et de représentants des partis au pouvoir en Chine, Afrique du Sud, Namibie, Mozambique et Zimbabwe. La construction du centre de formation, dont les travaux étaient lancés par le président tanzanien, coûtera selon M. Magufuli 45 millions de dollars (38,5 MEUR), un don de la Chine. Depuis son accession au pouvoir en 2015, le président Magufuli a été critiqué par des organisations de défense des droits de l’homme et de la société civile pour son autoritarisme, ses détracteurs l’accusant de réprimer l’opposition et la liberté d’expression. Ce week-end, il s’est attiré de vives critiques en ordonnant que les prisonniers devront désormais travailler "jour et nuit" et recevoir des "coups de pied" s’ils font preuve de "paresse".
Un diplômeuniversitaire exigé aux Représentants des Congrégations religieuses
La Commission politique du Parlement rwandais a amendé la Loi Organique portant organisation des confessions religieuses agréées au Rwanda. Elle a recommandé que tout représentant légal d’une confession religieuse « doit être détenteur d’un diplôme de Théologie délivré par une Institution reconnue par l’Etat, ou tout autre diplôme universitaire », rapporte Makuruki du 12 juillet 2018. A la bonne heure ! Diplômes et foi ou foi et sagesse et droiture ?
Voici un amendement de loi qui montre que quelque part la société rwandaise doit revoir si les valeurs essentielles qu’elle enseigne s’incrustent comme il faut dans la conscience de ses leaders d’opinion. Et par ricochet, il est temps de se demander si les valeurs d’antan de l’honnête homme ou du ministre de Dieu perdues avec l’an 1994 et le génocide des Tutsi peuvent-elles se régénérer dans une société rwandaise en mutation où il est difficile de fixer des repères structurels. La Présidente Adjointe du RGB, Usther Kayitesi, dit que la nouvelle loi ne perturbe rien, qu’elle aidera au contraire dans la direction et l’enseignement des Confessions religieuses. Comme l’Etat donne des opportunités de renforcement de capacité de ses agents et fonctionnaires, il accorde, par la même occasion, aux différentes églises établies au Rwanda une période de 4 ans pour renforcer la capacité de leurs officiers de cultes », a dit Usther Kayitesi faisant référence aux Ecritures Saintes où il est dit que la Vocation s’accompagnera de la Connaissance. Oui mais quoi si « Science sans conscience n’est que ruine de l’âme » ? Quoi si le Rwanda en mutation économique fulgurante, toutes les sections de la société confondues, court très vite et est concentré sur la recherche de l’argent et la création de plus de richesses et oublie de poursuivre la philosophie de la sagesse et de la plénitude ?
Le Président mozambicain reçu en grande pompe à Kigali (photos)
Le Président mozambicain, Phillipe Nyusi, est arrivé ce 19 juillet à Kigali où une haie d’honneur variée lui a été réservée. Il a été immédiatement visiter le nouveau quartier industriel de Kigali situé sur le versant de la Colline Bumbogo à Masoro, Est de Kigali. Un diner d’honneur lui a été offert dans la soirée. En ce deuxième jour de sa visite, après sa visite du Mémorial du Génocide des Tutsi de Gisozi et celle du poste-frontière rwando congolais La Corniche de Gisenyi/Rubavu au Nord ouest du pays, il est organisé une conférence de presse conjointe où lui et son homologue rwandais se prêteront aux questions de la presse locale et internationale. Phillipe Nyusi fait une visite de travail. les délégations des deux pays peaufinent des accords de coopération et d’échanges commerciaux en matière de trasport aérien, d’agriculture. En conséquence de quoi, la ligne aérienne rwandaise Rwandair ouvrira pour bientôt une destination Maputo.
Rugera Jeannette nommée Gouverneur Adjointe du Rotary International District 9150
Pour la première fois dans l’histoire, une Rwandaise a été nommé à la position de Gouverneur Adjointe des onze pays qui font le Rotary International District 9150. Rugera Jeannette qui fait partie du Rotary club depuis 3 ans, présidait le Rotary Club Kigali Mont Jali, l’un des sept Rotary Clubs au Rwanda. Elle a reçu ses nouvelles responsabilités à l’occasion de la passation de flambeau au nouveau président du Rotary Club Kigali Mont Jali, Kabandana Aimé. L’événement qui a eu lieu ce samedi 6 juillet 2018 a vu plusieurs Rotariens du Rwanda et du continent. Rugera Jeannette a été approuvé par le Gouverneur actuel du District International du Rotary 9150, Jérémie Mouyokani. Celui-ci a remplacé Frédéric Bishahushi du Burundi qui avait comme adjoint au Rwanda, ADG Masterjerb Paul Birungi du Rotary Club de Virunga. Le Rotary Club District 9150 qui a été créé en 1982 est compris de 11 pays dont le Rwanda, le Burundi, le Cameroun, le Congo, le Gabon, la Guinée Equatoriale, la République Démocratique du Congo, la République du Centrafrique, le Tchad et le Sao Tomé-et-Principe. Dans ses fonctions, le Gouverneur d’un certain district est chargé de nommer ses adjoints dans chaque pays qui font le district, où il délègue des tâches et des projets pour leur suivi. S’exprimant après avoir remis le bureau a la nouvelle présidente, Rugera Jeannette, qui désormais coordonnera les activités du Rotary au Rwanda, a déclaré qu’elle avait l’intention de passer les clubs Rotary au Rwanda, au niveau supérieur. "Je suis humblé par la confiance et je suis très heureuse, même si les responsabilités ne sont pas faciles. Durant mon mandat, nous allons nous concentrer sur plusieurs projets qui contribueront à la croissance du niveau de vie des Rwandais. Comme le dit le dicton, il y a de la force dans l’Unité, ainsi j’éspère travailler avec tout le monde pour aboutir à de nobles fins. " a-t-elle dit. Rugera Jeannette a exprimé sa joie que les projets qu’elle a engagés alors qu’elle présidait le Club Rotary de Kigali Mont Jali avaient rapportée à la communauté. Depuis l’année dernière, le Rotary Club Kigali Mont Jali a parrainé l’école primaire Little Angels située à Mbyo, dans le secteur de Mayange, dans le district de Bugesera et a aidé l’école à financer le matériel scolaire, la nourriture et à soutenir des enfants scolarisés. On note également la participation active de ce Club à l’environnement, ou il s’est associé aux clubs Rotary de Kigali-Virunga et Gasabo pour planter plus de 6000 arbres. Rugera Jeannette a également chargé Kabandana Aimé, le nouveau président, de travailler avec d’autres Rotariens afin de pousser le club à un autre niveau.
Dans son discours, le nouveau président a déclaré qu’il était prêt à servir le club et que le fait d’aider les nécessiteux resterait parmi les principales priorités du club. "Je veux m’engager une fois de plus à servir ce club, mais surtout à faire avancer des projets qui transforment la vie des gens », a-t-il remarqué. "Notre priorité est d’aider les enfants dans le besoin à poursuivre leurs études. Nous nous associerons à la Fondation pour l’éducation des enfants du Rwanda (RCEF), qui travaillera avec leurs parents et nous aidera à travailler ensemble. Nous attendons de signer quelques papiers avec Rotary International, mais les plus importants ont été traités. "a-t-il ajouté Fondé en 1966, le mouvement Rotary au Rwanda s’est étendu et actuellement 7 Clubs Rotary (CR) dans différentes parties du pays comprenant CR Musanze, CR Butare, CR Kibungo, CR Kigali-Gasabo, CR Kigali-Mont Jali, CR Kigali-Virunga et CR Kigali-Doyen ; qui est le premier Rotary Club au Rwanda. Le Rotary est composé de personnes ayant une passion pour transformer positivement la vie et les moyens de subsistance des pauvres et des défavorisés dans la société.
Mushikiwabo remet la candidature au secrétariat OIF au malgache Rajaonamarimampina
La Ministre rwandaise des Affaires Etrangères, Louise Mushikiwabo, a été reçue par le Président malgache Henry Rajaonarimampianina, Président de l’OIF/Organisation Internationale de la Francophonie, à qui elle a remis le dossier de sa candidature au secrétariat général de l’Organisation. "L’idée de poser ma candidature pour le Secrétariat Général de l’OIF est venue des pays amis membres influents de l”Organisation. Nous en avons pris acte et estimé avec le Gouvernement que c’était plutôtune bonne chose. Moi-même j’en avais la volonté et la capacité", a confié à RTV/ Rwanda Television, la Ministre. "En outre, être Secrétaire Générale de l’OIF c’est poursuivre les Affaires Etrangères dans 80 pays qui constituent l’Organisation", a ajouté satisfaite la ministre. Lors de son dernier Sommet des Chefs d’Etat de l’Union Africaine en Mauritanie, tout le monde était unanime pour apporter son soutien à la candidate rwandaise au cours de l’élection qui se tiendra en octobre prochain à Erevan en Arménie. Interrogée sur ses priorités si elle était élue, elle a dit être soucieuse du chômage de la jeunesse et des naufrages répétés dans la Mer Méditerrannée des jeunes africains, dont la plupart sont des ressortissants de pays francophones.
Une centaine d’universitaires signent un manifeste contre un troisième mandat de Joseph Kabila
Ils sont politologues, médecins, philosophes ou encore juristes. Plus de cent universitaires congolais se sont engagés samedi en signant un manifeste contre un troisième mandat du chef de l’État Joseph Kabila qu’ils considèrent comme une « infraction imprescriptible de haute trahison ». Prenant la parole au nom du groupe, l’avocat Georges Kapiamba a expliqué la démarche. Il s’agit, a-t-il souligné, de « travailler pour que le tripatouillage de la Constitution ne puisse pas se réaliser ». Cette mobilisation de la crème intellectuelle du pays intervient alors que le débat sur une possible candidature de Joseph Kabila pour un troisième mandat s’est déplacé sur un terrain scientifique. Déclenché par le juriste PPRD Cyrille Mirindi – qui prétend qu’à la suite de la révision constitutionnelle de 2011, Joseph Kabila a droit de se présenter pour un second mandat – le débat a été depuis validé par la direction du parti présidentiel. Alors que Joseph Kabila s’apprête à prendre la parole dans quelques jours devant le Parlement, les universitaires espèrent qu’il ne franchira pas la ligne rouge. « Il revient au président Kabila de dire clairement qu’il se trouve en situation d’empêchement électoral, qu’il ne pourra plus se représenter à l‘élection présidentielle, de souhaiter bonne chance à son successeur et de nous dire également qu’il se porte garant de l’organisation convenable des élections. », a prévenu Ntumba Luaba, professeur de droit constitutionnel et ancien ministre des droits humains. « Dans ce cas, on va lui reconnaître le mérite d’avoir facilité une transition paisible et civilisée et il pourra entrer par la grande porte dans l’Histoire de la nation congolaise », a-t-il ajouté.
Bukinanyana : un chef de zone destitué à Masango
Nicolas Ntunzwenimana, chef de zone Masango en commune Bukinanyana de la province de Cibitoke, a été limogé mardi 10 juillet par le Conseil communal. Il est accusé notamment de détournements de fonds. Les habitants de cette localité parlent également d’incompétence. Selon des sources contactées dans cette zone, le chef de zone n’était plus en mesure de s’acquitter convenablement de ses responsabilités administratives. Bosco Hategekimana, administrateur de la commune Bukinanyana, indique que ce chef de zone sera poursuivi : « Si les accusations contre lui s’avèrent vraies, il sera puni conformément à la loi ». Nicolas Ntunzwenimana, le chef de zone déchu quant à lui, réfute en bloc toutes ces accusations. Il n’y a jamais eu une lettre de demande d’explications ni la mise en garde. « Ils auraient dû m’avertir avant la destitution ». M. Ntunzwenimana demande aux membres du Conseil communal de lui fournir plus d’éclaircissements sur ce limogeage. Sans quoi, ils devraient revenir sur leur décision.
Ntidushima cane iki cuka c’imbere y’amatora
Mugice ca mbere c’ikiganiro icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA-FRODEBU, Léonce Ngendakumana , yahaye imboneshakure ikorera kuri youtube NAWE TV,avuga ko icuka kitifashe neza mugihe twimirije amatora 2020 kuko ngo mugihugu hari ubukene n’ubushomeri. Léonce Ngendakumana akavuga ko mu Burundi cokimwe na handi muri Afrika akenshi abatwara aribo bazana icuka kibi kubera ngo baba bashaka gukingira ubutegetsi bwabo. Ngendakumana aranemera ko n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi naboyene rimwe na rimwe bagira uruhara mugutuma icuka kiba kibi, mugutoteza abifuza kuzobasubirira. Kubijanye n’ingoro ya CNDD-FDD yigeze kuraswa i Bubanza, icegera c’umukuru wa FRODEBU ntahakana ko hari abatavuga rumwe n’ubutegetsi boba bakoresha inguvu  naho agaruka akavuga ko abatavuga rumwe n’ubutegetsi bataja cane muvyo gutuma icuka c’imbere y’amatora kimera nabi ngo kuko vyoba bisa n’uguca ikiraro cobashikana ku butegetsi, ngo nyabuna ugushaka gukingira ubutegetsi kw’ababufise ngo nivyo bituma icuka kiba nabi. Léonce ngendakumana akavuga ko abona ko raporo z’abahinga ba ONU bavuga ko ibijanye n’icuka c’imbere ya matora arizo ukuri kandi akavuga ko ivyo vyegeranyo vy’abo bahinga bidahengama kuko ngo bivuga n’uruhara rw’abatavuga rumwe na leta agatanga akarorero ko vyigeze kuba bivuga ko hari abariko bashinga imigwi igwana muri Repubilika iharanira demokarasi ya kongo. Ni mugihe leta y’uburundi yoyo idahengeshanya kwa mirirakure ivyo vyegeranyo vy’abo bahinga ba ONU.
Umukuru w’inama nkenguzamateka yahuriye mu nama n’abaserukira abandi muri komine Ngozi
Umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi Reverien NDIKURIYO yagiriraniye umubonano n’abaserukira abandi muri komine Ngozi y’i ntara ya Ngozi, mu ntumbero yo guhimiriza abanyagihugu mu bijanye no guhindura ingendo mu buzima bwa misi yose. Muriyo nama aho umukuru w’inama nkenguzamateka Reverien NDIKURIYO hamwe n’abaserukira abandi mu ntwaro muriyo komine ya Ngozi yayitunganije mu rukurikirane rwo kugendera amakomine atandukanye yo mu gihugu mu ntumbero yo guhamagarira abo barongozi guhimiriza abo barongoye guhindura ingendo ku kwijukira ibikorwa bibateza imbere. Tubibutse ko i komine ya Ngozi ibaye ikomine igira iya 96  ironkejwe izo nyigisho zidasanzwe kuva umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi Reverien NDIKURIYO atanguye kuzigendera.
Aloys BARICAKO : « Ntidushimishwa n’abanyeporitike badashaka kwitaba amatora »
Umukuru w’umugambwe RANAC (Rassemblement National pour le Changement ) ,Aloys BARICAKO amenyeshako umugambwe arongoye udashimishwa no kubona hari abanyamigambwe canke imigambwe batariko bitegurira kuja mu matora yimirije yo mu mwaka wa 2020 kuko kutitaba amatora ataco bifasha mu gutsimbataza intwaro rusangi. Mu kiganiro umukuru w’uwo mugambwe yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kane igenekerezo rya 12 Nyakanga 2019 ,Aloys BARICAKO yavuze ko abanyeporitike bari hanze y’igihugu bakwiye kuza mu gihugu kugira bashobore kwitaba igikorwa c’amatora kumwe n’abandi. Aloys BARICAKO avuga ko bazokora ibishoboka kugira amatora yo mu mwaka wa 2020 azogende neza kandi ko bashimishwa n’ibikorwa biriko birangurwa n’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora mu gihugu (CENI). Uwo mukuru w’umugambwe RANAC asaba Reta y’Uburundi gushiraho ingingo zikenewe kugira habe icuka ciza hamwe n’ituze na cane cane mu gihe c’amatora.
Umukuru w’inama nshingamateka yahaye umubonano uwuserukira igihugu ca Hollande
Umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA yahaye umubonano uwuserukira igihugu c’Ubuhorande mu gihugu c’uburundi muvyo baganiriye hakaba harimwo ibijanye n’imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ubuhorande hamwe no gufashanya. Umuvugizi w’inama nshingamateka Alexis Badian NDAYIMBAZE avuga ko uwo aserukira igihugu c’Ubuhorande mu Burundi amaze ikiringo c’umwaka umwe mu Burundi ari naco gituma yari kwimenyekanisha k’umukuru w’inama nshingamateka hamwe no kumumenyesha imigambi igihugu ciwe gitegekanya kurangura mu Burundi. Alexis Badian NDAYIHIMBAZE avuga ko ico gihugu cahora gifasha mu gisata c’indero kubijanye no kugaburira abana ku mashure vyatumye igitigiri c’abaheba amashure kigabanuka kandi ko ico gihugu gifasha no mu gisata co kwivuna abansi hamwe no mu gisata c’umutekano Uwo avugira inama nshingamateka avuga ko hariho ico gihugu gifise umugambi wo gushigikira igisata c’imfungurwa biciye mu gutanga umwavu ,gufasha kugira imigenderanire hagati y’Uburundi n’ibihugu vya Buraya isubire kunaguka hamwe no mu gufasha mu gisata c’urudandazwa mu bijanye no gutwara ibintu n’abantu biciye mu kiyaga Tanganyika
Uko amatora azogenda n’ivyo bizotuma uburundi na Amerika banagura imigenderanire 
Intumwa idasanzwe ya leta zunze ubumwe za Amerika mu karere k’ibiyaga binini DR. J.Peter Pham ari mu rugendo hano mu Burundi kuva itarike 8 nyakanga, akazobonana n’abategetsi batandukanye, abanyepolitike, abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike hamwe rero n’abaserukira ama dini, bakazovugana ibintu bitandukanye harimwo n’ibijanye n’amatora 2020. Mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Dr.j. Peter Pham yamenyesheje ko amerika yakiriye ivyavuzwe n’umukuru w’igihugu c’uburundi Petero Nkurunziza ko atazokwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu mu  mwaka w’2020. Dr.Pham akavuga ko leta zunze ubumwe za Amerika zikurikiranira hafi ibijanye n’amatora yimirije ati uko azogenda n’uko ibiyavuyemwo bizoba bihuye n’ivyo abanyagihugu bifuza n’ivyo bizotuma imegenderanire hagati ya leta zunze ubumwe za Amerika n’uburundi isubira kumera neza. Kubijanye n’impunzi z’abarundi ziri muri Tanzaniya, Iyo ntumwa idasanzwe ya leta zunze ubumwe za Amerika yamenyesheje ko hoshirwa imbere ugutaha kubavyishakiye ngo ninaho amerika n’amakungu bashobora gufasha murico gikorwa,  nayo gutahana abantu ku nguvu bica bifatwa nk’icaha cagahomerabunwa. Iyo ntumwa  idasanzwe ya Amerika mukarere avuye hano i Bujumbura akazoca aja mugihugu ca Repubilika iharanira demokarasi ya kongo.
Urunani rushasha “CFOR-ARUSHA” rutavuga rumwe na Reta rwagiye ahabona
Urunani rushasha rutavuga rumwe na Reta y’Uburundi rwitwa CFOR-ARUSHA rwahiye ahabona aho mu rwandiko rwarwo rwashizwe ahabona kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 10 Nyakanga 2019 ruvuga ko rurimwo imigambwe hamwe n’abanyeporitike batavuga rumwe na Reta. Mu rwandiko inomero 0001/2019 rwateweko umukono n’umukuru warwo Chauvinau MURWENGEZO ruvuga ko rwavutse inyuma y’inama yabereye i Bruxelles mu gihugu c’Ububirigi kw’igenekerezo rya 9 Nyakaga 2019 aho bariko barabira hamwe aho ikibazo c’ingorane za poritike mu gihugu zadutse kuva mu mwaka wa 2015 aho zigeze gushika ubu. Urwo rwandiko rubandanya ruvuga ko urwo runani CFOR-ARUSHA ruzobandanya ibikorwa vya poritike mu ntumbero yo gufasha kugira amasezerano ya Arusha ashobore kwubahirizwa. Nk’uko iryo tangazo rivyerekana ,umukuru w’urwo runani ni Chauvinau MURWENGEZO mu gihe Frederic BAMVUGINYUMVIRA ari icegera carwo.
Inzego zirongoye Umugambwe UPRONA  muri kino gihe zararangije ikiringo cazo
Mukiganiro mushobora gukurikirana ku buhinga bwa none youtube kuri NAWE TV, umudasigana Ambassadeur Isidore Mbayahaga asanzwe ari no mu nzego z’uwo mugambwe kuva ku mutumba kugeza no mugwego nyobozi rw’umugambwe ico bita « comité central » avuga ko muri kino gihe Abel Gashatsi ariko atwara uwo mugambwe mu buryo butemewe n’amategeko kuko ikiringo ciwe co gutwara umugambwe caheze. Ambassadeur Isidore Mbayahaga akavuga ko ikiringo Gashatsi yari yahawe c’imyaka itatu ngo arongore uwo mugambwe wa Rwagasore carangiye itarike 14 myandagaro 2019, mbere ngo yaranagize ibirori vyokwigina iyo myaka, ngo n’amakomite yafasha umukuru w’umugabwe nayo nyene yararangije ikiringo. Kubw’uwo mudasigana,  UPRONA iri mu bibazo uno munsi, akabona ko umuti woba uwuko abantu borengera inyungu z’abo na cane cane abarongoye umugambwe muri kino gihe. Mbayahaga akamenyesha ko kwiyunga kwa UPRONA kutari kugoye habaye ugushaka kuko amababa ane ari muri UPRONA yose asa nayemera komite yarongoye umugambwe 2009. Uwo mudasigana anasanzwe ari umukozi w’Imana akanegura ko abarongoye umugambwe wa  RWAGASORE basa n’abadafise ugushaka gusubiza hamwe abadasigana , kuko ngo babivuga gusa ku munwa. Muri kino gihe umugambwe ukaba uyobowe na Abel Gashatsi ariko hakaba igice kiyoboka Charles Nditije, Igice kiyoboka Evariste Ngayimpenda, hamwe rero n’ikindi gice kigizwe n’ abakomeye mu nzego za leta ndetse no mu nzego z’umugambwe bateye umukono ku rwandiko mu ntango z’uwu mwaka basaba Abel Gashatsi kuva k’uburongozi bwa UPRONA kuko ngo asanganywe amakosa 28.
Uburundi ntamwanya bufise wo kwishura ku binyoma
Umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe kumenyesha amakuru Willy Nyamitwe abicishije kurubuga rwirwe ngurukana bumenyi rwa Twitter yagize ati « Kubameneyeshamukuru bifuza ko ngira ico mvuze kuri raporo  ishingiye ku mvo za politike ya Doudou Diène nabo barikumwe , Uburundi ntibugihangayikishijwe n’ukwishura kububeshi bwa bamwe  muba nyabulayi barajwe ishinga n’uguhungabanya uburundi ». Umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe ivyo kumenyesha amakuru abivuze mugihe himirije ku ma genekerezo ya 9 kugera kuri 25 nyakanga inama y’ishirahamwe mpuzamakungu iraba ibijanye n’agateka ka zina muntu i Genève mu Buswise. Muriyo nama umugwi urongowe n’umu nya Sénégal  Doudou diène ukazotanga icegeranyo kukungene ibijanye n’agateka ka zina muntu vy’ifashe muri kino gihe hano mu Burundi. Bimwe mubiri mucegeranyo c’uwo mugwi giherutse gusohoka nk’uko tubikesha urubuga rwi radiyo ijwi ry’amerika (VOA) ngo n’uko  amatora ya 2020 ashobora kubamwo ubwicanyi bukabije, kikagiriza bamwe mu bajwejwe umutekano n’abamwe mu bayoboke b’umugambwe uri ku butegetsi ko baja mu bikorwa vyoguhohotera abo badasangiye ivy’iyumviro vya politike. kandi ko ata demokrasi y’ukuri ifatiye ku migambwe myinshi ihari mu Burundi,ivyo ngo kubera imigambwe myinshi yaciwemwo ibice. Ico cegeranyo kandi ngo kiravuga ko atabwigenge bwukuri buri hano mu Burundi mu bijanye n’ukumenyesha amakuru. Umurwi w’amatohoza ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi washinzwe n’ingingo y’inama mpuzamakungu iraba ibijanye n’agateka ka muntu igenekerezo rya 30 nyakanga 2016, ariko leta y’uburundi ikaba itigeze iwemera kuva ugishingwa.
Umugambwe CNDD-FDD urabeshuza amakuru wita ay’ibihuha
Ku rubuga ngurukana bumenyi rw’umugambwe CNDD-FDD mu kirundo umenyesha ko amakuru yaciye ku mbuga ngurukana bumenyi avuga ko musitanteri wa komine Bwambarangwe azwi kw’izina rya Niyingabire  Febronie yoba yatanze itegeko ku mbonerakure kugira zikubite abigeme batatu ngo abahora ko batambiye umugambwe CNL urungowe n’umushingamateka Rwasa Agathon, atariyo.  Uwo mugambwe uri ku butegetsi ukavuga ko abo bigeme batutse uwariko atoza amatagisi ya komine hanyuma musitanteri arabahamagara abaha igihano cogukubitana inkoni zitanu zitanu, umwe murabo bigeme ngo yarasanganywe ingwara y’umushishito  yaciye imuvyuka aca ajanwa mu bitaro mbere ngo komine akaba ariyo yishinze ku muvuza. Uwo mugambwe ugahakana wivuye inyuma ko ivyabaye ataho bihuriye nivyavuzwe, kandi ngo abakwiragije ayo makuru ntakindi bari bagamije atari ugutyoza uwo mugambwe uri ku butegetsi. Naho biruko umuryango  w’uwo mwigeme agwaye bakavuga ko umwana wabo yagwaye kubera amahiri yakubiswe kandi ukabona ko harimwo imvo za politike, ukagiriza, Musitanteri wa Bwamabarangwe. Ivyo bikaba vyabaye ku munsi wa mbere w’iy’indwi.
Umugambwe Frodebu-Nyakuri uraremye ko amatora azogenda neza
Mukiganiro Umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu nyakuri iragi rya Ndadaye yahaye Nawe TV, yamenyesheje ko aremye cane ko amatora y’imirije 2020 azogenda neza. Kefa Nibizi akabivuga afatiye ku ma nama yama yatunganijwe n’abajejwe intaro ahuza abanyepolitike batandukanye n’aba bulamatari b’intara kugira barabire hamwe icuka kiri mugihugu mugihe hasigaye amezi agera ku 8 ngo amatora abe. Uwo munyepolitike arashima ko abitavye inama yaba bulamatari n’abanyamigabwe yari inahagarariwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo, yabaye mu kwezi guheze kwa myandagaro, biyemeje kwiha ukwezi kugira barabe uwuzotangura kuja mu bikorwa vyo kutihanganira hagati y’abanywanyi b’imigambwe. Kefa akavuga ko izo nama zija ziratunganywa zizofasha gukinga izo ndyane. Naho biruko ivyo kutihanganiranira vyarasubiye kugaragara mu ntara zitandukanye aho mu ntango zindwi iheze umuntu umwe bivugwa ko ari umunywanyi wa CNDD-FDD yishwe abandi bagakomereka bikaba vyashizwe kugatwe k’inyankamugayo za CNL ; mu ntara ya Bubanza muri komine Gihanga  abantu bivugwa ko ari abanywanyi ba CNL barakubiswe, ivyo bakaba bavyagirije imbonerakure za CNDD-FDD zaho i Gihanga. Nta munyamigambwe numwe arigera yiyamiriza ku mugaragaro ukwo kutumvikana kw’abanywanyi babo kwasubiye kuvugwa.
Umugambwe APDR  watanze intonde z’abawuserukira
Kuri uyu wa mbere itarike  nyakanga 2019, umugambwe urunani rw’amahoro APDR  watanze intonde z’abazowuserukira mu mirwi y’intara ijejwe gutegura amatora. Izo ntode zikaba zigizwe n’abantu batatu ku ntara. Umukuru w’umugambwe  APDR, Gabriel Banzawitonde, avuga ko umugambwe wabo ariwo wabaye uwa mbere mugutanga izo ntonde, bagashima kandi ko vyabonetse ko umugwi ujejwe gutegura amatora ku rwego rw’igihugu wari witeguriye ico gikorwa. Banzawitonde agahamagararira n’iyindi migambwe kuja mu migwi ijejwe gutegura amatora ikomoka kuri CENI kuko ngo bizobafasha kwikurikiranira neza amatora 2020. Gutanga intonde zabo imigambwe ikeneye ko bazoja muri iyo migwi y’intara CEPI vyatanguye kuri uyu  wa mbere bikazorangira itarike 6 nyakanga 2019. Uwo mugambwe ukaba arinawo wabaye uwambere mugutanga umuntu azowuserukira mu matora y’umukuru w’igihugu kandi ukaba washize imbere umukenyezi.
Umugambwe  w’abigenga PL  watunganije inzego nshasha
Umugambwe  w’abigenga PL  watunganije kuri uyu wa gatanu itarike 30 myandagaro 2019 ikoraniro kaminuza, Ukaba wa natoye inzego nshasha.
Umupfasoni Rukohoza Marguerite yarasanzwe awurongoye yasubiye kwizerwa n’abigenga ba PL ngo abarongore yahiganywe na Mpawenimana Jean Bosco.
Rukohoza yaronse amajwi 36 nayo Jean Bosco aronka amajwi 3, abiri nayo aba impfagusa, abatoye bose hamwe bari 41. Umunyamabanga mukuru wa PL mushasha akaba yabaye Nzisabira Aster yizewe ku majwi 34, uwo bahiganwa yarose amajwi 4, ayandi abiri yabaye impfagusa  ku bantu 40 batoye. Umukuru w’umugambwe n’umunyamabanga mukuru bakaba baciye babonana baraheza bashikiriza komite igizwe n’abantu 6. Ubushikiranganji bw’intwaro yohagati mu gihugu busanzwe bujejwe n’imigambwe bwari bwarungitse intumwa gukurikirana iryo koraniro kamanuza. Umukuru w’umugambwe Rukohoza yashimiye abamwizeye  bagasubira ku mwizera aca agirako abasaba kwirinda ibihuha n’ukwubaha amategeko y’Imana n’abantu muri kino gihe havugwa vyinshi kandi  himirije amatora 2020. Uwo mupfasoni yasavye urwaruka rwaba urwo mu mugambwe wiwe canke urundi rwo muyindi migambwe kwama rugendera ubuntu. Yagize ati : « Iyo umuntu yubashe mugenziwe, akubaha amategeko y’Imana hamwe rero n’amategeko y’igihugu abaho yidegemvya kandi atekanye, agasaza yizerwa. » Umukura mbere Marguerite yongeyeko kandi ko wigenjenje neza mu Buzima ko niyo ugeze gupfa upfa utekanye. Yabivuze mugihe han mu gihugu hibonekeza ukutihanganiranira mu rwaruka rudasangiye imigambwe na cane cane hagati y’inyankamugayo za CNL n’imbonerakure za CNDD-FDD.
 Umugambwe CNL uvuga ko abantu bawo bicwa
Umukuru w’umugambwe CNL mu ntara ya Kirundo Anatole Karorero avuga ko abantu 6 batowe ibiziga mu ntango ziyi ndwi kandi ngo bose bari inyankamugayo za CNL. Karorero agasigura ko bava mu makomine ya Ntega, Bugabira, Bosoni na Bwambarangwe, ariko agashima ko uwishe umwe murabo batandatu bapfuye amaze gufatwa akaba afunzwe. Umukuru w’umugambwe CNL mu Kirundo  aremeza ko n’abanywanyi babo batera ariko ngo akenshi ni imbonerakure za CNDD-FDD ziba zabasoteye. Agasaba ko ababa bagirijwe amakosa bohanwa bagacirwa imanza zikibiriraho. Buramatari w’intara ya Kirundo Alain Tribert Mutabazi aremeza ko hari abantu bapfuye ariko agahakana ibitigiri vy’abantu 6 bavugwa n’umukuru wa CNL, akemera ko hapfuye 4. Buramatari Mutabazi kindi arahakana n’uko abapfuye bose boba ari abanywanyi ba CNL, akavuga ko umwe muri abo 4 yari umugumyabanga wa CNDD-FDD, uwundi ngo yari umudasigana wa UPRONA. Uwo mutegetsi akavuga ko amanama yo guhimiriza abanyagihugu kubana neza bataravye ubutandukane bw’imigambwe yama yakozwe ku rwego rw’intara n’amakomine. Akavuga ko imigambwe ikorera canke yipfuza gukorera aho mu kirundo yoroherezwa, CNL ngo yaruguruye n’ingoro yayo ku murwa mukuru w’intara ngo ikaba kandi yimirije no kwugurura izindi ku nzego z’amakomine. Buramatari Alain TRibert Mutabazi ahamagarira abanyagihugu kubandanya bafatanye mu nda mu butandukane bwabo kuko ngo ico bapfana gisumba ico bapfa.
Abategetsi n’abarongoye imigambwe basabwa  kwegera cane abanywanyi babo
Uwahoze ari umukuru w’igihugu Ntibantunganya Sylvestre ahamagarira abategesti batwara gutomora iyo bariko bariyamiriza ibijanye n’ugushamirana mu banywanyi b’imigambwe itandukanye. Ntibantunganya aranasaba abanyamigambwe n’ abakozi b’Imana gushikira abanywanyi babo bakabasigurira ko kizira gusotorana ntibabivugire muma nama gusa . Abamenyeshamakuru nabo bakavuga inkuru ataco bongeyeko kandi ataho bahengamiye. Uwahoze ari umukuru w’igihugu akaba agona rimwe n’abanyagihugu bo muri komine ya Mubimbi mu ntara ya Bujumbura, nabo nyene basaba guhabwa inyigisho n’abanyamigambwe babarongoye kuko ngo ivyo bavugira ku ma radiyo ngo sibose babimenya kuko ngo hari abadafise uturadiyo. Abo banyagihugu ntibahakana ko rimwe na rimwe gacamwo abadahuje imigambwe bagatana mu mitwe. Akarorero ni mu ntango ziy’indwi aho rumwe mu rwaruka rwa CNL na bamwe mu mbonerakure za CNDD-FDD, bo ku mutumba Burenza  zone ya Mageyo, barwanye, hakaba hari n’uwahasize ubuzima, abandi babiri bagakomereka.  Ivyemezwa na Jean Paul Barampama arongoye umugambwe CNL i Mubimbi co kimwe na Havyarimana azwi kw’izina rya Manager  arongoye i mbonerakure muri komine Mubimbi Nyene. Umuhanuzi wa musitanteri Mubimbi ajejwe iterambere, Albert Mafyiritano, avuga ko abarongoye komine ataco badakora kugira abanyamigambwe batandukanye bari muri iyo komine babane neza, uwo mutegetsi akavuga ko hari n’inama bulamatari w’intara ya Bujumbura azogirisha kuri uyu wa gatanu uza muri iyo ntumbero nyene.
Imyaka 19 irarangiye amasezerano ya Arusha abayeho 
Hari kw’igenekerezo rya 28 myandagaro 2000, niho haterwako umukono ku masezerano y’amahoro ya Arusha. Abantu batari bake bari bakomakomeye hano kw’isi barishikiye mu buraruko bw’igihugu ca Tanzaniya kugira birabire aho ayo masezerno aterwako umukono hagati ya leta yari irongowe na Petero Buyoya n’ imigambwe yaricuditse na UPRONA kurundi ruhande hari imwimwe mu mirwi y’itwaje ibigwanisho n’imigambwe vyari bicuditse. Imigambwe yishize mu mice ibiri G10 y’abatutsi na G7 y’abahutu, uwahoze arongoye afrika y’epfo Nelson Mandela niwe yahuje abarundi abageza ku masezerano y’amahoro, akaba yari yasubiriye Mwalimu Julius Nyerere yari yatanguye ico gikorwa. Ayo masezerano ya Arusha akaba ari mubice 4 : igice ca mbere kijanye n’ugusangira ubutegetsi neza hagati y’abahutu, abatutsi na batwa, igice ca kabiri cerekeranye n’ ugusubiramwo inzego z’umutekano zikajamwo bose, igice ca gatatu kirimwo ibijanye n’ukwereka uruhara rw’abamwe na bandi mu nryane zahitiye mu burundi kuva uburundi bwikukiye, hamwe n’igice kijanye nishirwaho ivyemeza ko ayo masezerano agiye kwubahizwa no kugirwa isoko ry’amahoro. Igisikare cahavuye kijamwo kubice 50 kw’ijana vy’abatutsi na 50 kw’ijana bindi vy’abahutu. Muri leta no mu nama nshingamateka , hakajamwo ibice 60 kw’ijana vy’abahutu na 40 kw’ijana vy’abatutsi ; abatwa nabo bahavuye baza barongerwa mu nama nshingamaateka na Nkenguzamateka. Major Petero Buyoya yaciye ahabwa kurongora igihugu amezi  18, Domisiyano Ndayize agirwa icegera ciwe mu ntumbero yuko azoca amusubirira. Yahavuye anamusubira nawe nyene atwara amezi 18. Mubari bahagariye iterwako ry’umukono kuri ayo masezerano twovuga umukuru w’iguhugu ca Uganda Yoweri Museveni, Uwahoze arongoye Republika iharanira demokarasi ya kongo Laurent-Désiré Kabila, Uwatwara Togo Gnassingbé Eyadema, Uwuramutswa Urwanda Paul Kagame, uwatwara leta z’ubumwe za Amerika Bill Clinton.
Gabriel Banzawitonde ati " Mu mugambwe APDR gucikamwo ibice biragoye, mbere ntivyokunda"
Mukiganiro yahaye imboneshakure yo ku buhinga bwa none Nawe TV , umukuru w’umugambwe urunani rw’amahoro APDR, Gabriel Banzawitonde ahamagarira umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi gukurikirana inyifato z’abanywanyi bawo kugeza ku mitumba, kuko ngo hari abigenza nabi naho ngo bataba batumwe n’umugambwe wabo ahubwo ngo bivuye kubafise umwete mwinshi mbere bakononera n’umugambwe wabo. Uwo mugambwe kandi urasaba abari muri leta kutigenza nk’abanyamigambwe nyabuna bagakorera abarundi bose ata kuvangura. Gabriel Banzawitonde asaba abarundi buhunze guhunguka, ariko avuga abantu baronderwa n’ubutungane boja imbere y’ubutungane maze abatsinze bakezwa nayo abagiriwe n’icaha bagahanwa. Muri ico kiganiro nyene Gabriel Banzawitonde yaboneyeho gusaba urwaruka ko rwokwirinda abanyepolitike baruryosha ryosha muntumbero yo kurukwegera muvyotuma ruja mu bihungabanya amatora yimirije. Banzawitonde Gabriel arashima kandi icuka kirangwa mu gihugu muri kino gihe hasigaye amezi 11 ngo amatora y’2020 abe, ngo akabona ko amatora azogenda neza.
Umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi arasabira ibihano ba musitanteri
Mu nama yaraye ihuje kuri uyu wa kane itarike 22 myangaro 2019, icegera ca mbere c’umukuru Gaston Sindimwo, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, abanyamigambwe hamwe n’aba buramatari barongoye intara.Iyo nama yarifise intumbero yokurabira hamwe ibijanye n’ukutihanganiranira kuvugwa hagati migambwe. Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Evariste Ndayishimiye yasavye leta ko yohana abasitanteri amakomine yabo azobonekamwo ukutihanganiranira. Evariste Ndayishimiye  yagize ati : « Ba musitanteri badahana abakoze amakosa  n’ukubahana kuko bizoba vyabananiye kwiyambura urushato rw’umugambwe ngo bambare urwabarundi bose ». Yasavye kandi abitavye iyo nama ko bokwiha ukwezi kumwe kugira bazoheze barabe ko ibikorwa vyo kutihanganirana vyabandanije canke vyahagaze. Agathon Rwasa arongoye umu gambwe CNL akaba yagarutse kubikorwa bitari bike vyerekana ukutihanganirana  bikorerwa umugambwe wiwe. Jacques Bigirimana arongoye FNL  yasavye imigambwe kubahana, kandi bakamenya ibikorwa bajejwe. Bigirmana agashima ko abanyamigambwe bashoboye kwicarana ata mu nyamahanga arimwo. Icegera ca mbere Gaston Sindimwo yarahagarariye iyo nama ku ruhande rwa leta agashima ko abarongoye imigambwe ku rwego rw’igihugu basigaye basangira akabisi n’agahiye  kandi yaranasavye ko ubwo bumwe bwoshika no mubanywanyi bato bato. Iyo nama yarangiriye kugutera umukono ku rwandiko rwivyo biyemeje.

mwiriwe neza dushima kubiganiro vyanyu
Umugambwe w’abadasigana Uprona ugize ingorane, igihugu kiragira ibibazo
Mu kiganiro intererano yawe giha ijambo abarongozi hamwe nabo bose bafise ico boterera mu kwubaka igihugu cacu. Mu kiganiro icegera cambere c’umukuru w’igihugu c’U Burundi Gaston Sindimwo yamenyesheje ko umugambwe w’abadasigana Uprona ugize ingorane, igihugu kiragira ibibazo. Nkuko vyagiye biribonekeza imyaka yose u Burundi bwateguye amatora yama aca akurikirwa n’inryane. Kuberiki vyama bigenda uko ? mbega icuka gitangurira igihe c’amatora kimeze gute ?nigiki cokorwa kugira amatora azogende neza mbere n’inyuma yayo ntihazobe ingorane. Ivyo n’ibibazo vyavugiwe mw’ico kiganiro. Icegera cambere c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko indyane zatanguye kuva mbere uburundi butarikukira zigahera mu mugambwe w’abadasigana Uprona hamwe zitewe n’abakoroni ahandi zitewe nabo mumuryango umwe na Rwagasore batari bishimiye ko yorongora igihugu. Izo ngorane zagumyeho gushika zivemwo ukugandagura uwo muganwa. Amenyesha ko akenshi izo ngorane ziva kuguharanira inyungu mu kwumviriza abo baba bashaka kudushuka mu kubemerera ibi na biriya gutyo bigatuma baca bateza ingorane n’urwanko hakama ukutumvikana. Ni navyo vyagiye biranga ibihe vyose uburundi bwagiye bucamwo vy’amatora. Hatabaye ivyo haza ibibazo vy’amoko. Icegera cambere c’umukuru w’igihugu arashima intambwe u Burundi bugezeko uravye igihe gisigaye hagere amatora n’icuka gihari ubu. Ahamagarira abaundi bose kwijukira ama komite y’umutekano mu ntumbero yo gutsimbataza amahoro mu gihugu. Hama ibihe vy’amatora, abarundi bige guhiganwa biteguye ko ari ukurushanywa mu bumwe mu kwemera ibiba vyayavuyemwo.
Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA asaba abanyeporitike kwirinda kubiba urwanko
Umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre NKURUNZIZA asaba abanyeporitike kwirinda kubiba urwanko ariko bahiganishe imigambi mu kuzirikana ko haburana babiri hagatsinda umwe kandi abakora poritike ntibasubire kujuragiza abenegihugu. Ivyo yabishikirije mw’ijambo ryo kuruno wa kabiri igenekerezo rya 20 Myandagaro umwaka wa 2019 inyuma y’imyaka ine iheze asuburiye gutorwa ngo arongore Igihugu. Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA asaba abanyeporitike gushira imbere iteka ry’igihugu, imigambi myiza yubaka, ikubahiriza zina muntu wese ; kwamiza  ku muzirikanyi ko Uburundi ari umurima wisangi usangiwe na beneburundi bose kandi bategure kuburaga abuzukuruza ari igihugu cifashe citeka. Mur’iryo jambo umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZAIZA yasavye abanyeporitike gukubitiza agatima mpembero mu kwibuka ko Intahe yUkwikukira abayigwaniye bitaboroheye kandi bame bishimikize inkingi ba sokuru bubakiyeko Uburundi ari zo Ubuhizi,Ubutwari hamwe n’Ubutore. Umukuru w’igihugu c’Uburundi yasavye abanyeporitike bashikiriza amajambo kwiyubara no kwigengesera, mu kuvuga ibiroranye kandi vyubaka, kuko iyo ijambo ritaroranye risohotse bigora mu kurigarura.. Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yavuze ati : “Irirenze umunwa riba rirenze impinga”, Inyoshambi ingana umurozi, kandi Sakirimikibi yatanze umurozi gupfa. Umukuru w’igihugu c’Uburundi atera akamo umurundi wese gukunda no gukingira igihugu ciwe kuko ari yo mpetso y’abarundi bose.
Umurwi CENI watunganije inama ijanye no gushiraho imirwi ya CEPI
Umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI (Commission Electorale Nationale Independante) watunganije kuruno wa kabiri igenekerezo rya 20 Myandagaro umwaka wa 2019 inama ku bakuru b’imigambwe hamwe na ba buramatari b’i Ntara kugira barabire hamwe ibijanye n’igikorwa co gushiraho imirwi yigenga ijejwe gutunganya amatora mu ntara arizo CEPI (Commission Electorale Provinciale Independante). Umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI Pierre Claver KAZIHISE yamenyesheje ko mu misi iri imbere hagiye gushirwaho vuba iyo mirwi kandi ko ico gikorwa kizokorwa ku mugaragaro bafadikanije n’abo vyega bose baba abanyamigambwe, abo mu mashirahamwe yigenga canke abaserukira amashengero. Uwo mukuru w’umurwi ujejwe gutunganya amatora yasavye ko abantu bose bazokwizigirwa kuja murico gikorwa boba ari abanyagihugu babizigirwa kandi biteguye gukorera igihugu ata guhengama bafise.
Imbonerakure ntakosa zigikora
Umunsi mukuru bise imbonerakure Day wahimbajwe mu gihugu cose, hano mu gisagara ca Bujumbura watangujwe n’urugendo rw’izo mbonerakure rwabereye muma zone yo mu buraruko bw’igisagara.  Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD mu gisagara ca Bujumbura, Benjamin Ndagijimana yamenyesheje ko imbonerakure zigirirwa agatotezo muri iyi minsi, akagiriza abanywanyi b’umugambwe mushasha atashatse kudomako urutoke.
Benjamin Ndagijimana yamenyesheje kandi ko ata mbonerakure igikora amakosa kuva aho bakuru babo babahanuriye kureka gusotorana. Zénon Ndaruvukanye yahagarariye umugambwe uri ku butegetsi kw’uburongozi bw’umugabwe ku rwego rw’igihugu, yiyamirije abacafuza isura y’imbonerakure mukugira ivyo babagiriza. Muri iyi minsi harumvikana ukwagirizanya hagati y’imbonerakure za CNDD-FDD n’inyankamugayo za CNL, umugambwe mushasha uheruka kwemererwa urongowe n’umushingamateka Rwasa Agathon, ko bamwe batoteza abandi, mbere hakajamwo n’ukwononeranira ibimenyetso vy’imigambwe.
Imigambwe irabandanya kumenyesha ko izitaba amatora yimirije
Umukuru w’uwu mugambwe urunani ruharanira amahoro na demokarasi (UPD-Zigamibanga) Kassim Abdoul  avuga ko abazigama banga bamaze kwemeza ko umugambwe wabo uzitaba amatora agiye kuba mu mwaka uza wa 2020.  UPD-Zigamibanga uzoja muri ayo matora atawundi mugambwe bagize urunani .
Mugihe hibonekeza ugusotorana hagati y’imigambwe itavuga rumwe,  UPD-Zigamibanga usanzwe uri muyitavuga rumwe n’ubutegetsi, uhamagarira iyindi migambwe kudakoresha inguvu canke amajambo yo gusotorana, akavuga kandi ko abaja muvyo gusotorana ko ari abatazi akarangamutima ki  migambwe yabo. UPD wowo ngusanzwe uterekwa ivyo gusotorana. Kassim Abdoul ahamagarira abategetsi n’abanyamigambwe kwubahiriza itegeko rigenga imigambwe. Umukuru wa UPD-Zimibanga  agasaba ko abanyamigambwe bose bosigurirwa ibiri mw’itegeko rigenga amatora ya 2020, abisavye mugihe hasigaye amezi 11 ngo amatora abe.
Umuhanuzi  mukuru w’umukuru w’igihugu arakurira inkoni ku gishitsi abanyepolitike bimirije gutaha
Mu kiganiro co guhanahana ivyiyumviro ca bereye ku murwa mukuru wa politike i Gitega kuri uyu wa gatanu igenekerezo 16 myandagaro 2019, Umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu Willy Nyamitwe abajijwe n’imba hari ikizosubirwamwo mu bijanye n’integuro y’amatora kugira abanyepolitike bari barahunze bayajemwo. Nyamitwe yagize ati : « tuna songa mbele, igihugu kiguma kibandanya, ni nki bus aho ihagaze bamwe bakururuka abandi bakinjira ariko ntisubira inyuma, barya ntituzosubira inyuma, n’ukuvuga kobarya barishikanye n’ukwishikana kuko baragerageje guhungabanya umutekano vyaranse na demokarasi vyaranse, ubu rero aho bigeze barishikanye, n’ukwishikana ntanikindi coshoboka ». Ico kiganiro yariko afashanya ku kiremesha n’abandi bategetsi aha twovuga nk’umuvugizi wa leta Prosper Ntahorwamiye ; abivuze mu gihe abanyepolitike batavuga rumwe n’ubutegetsi bw’uburundi baheruka kumenyesha ko bipfuza ibiganiro na leta kugira baheze batahe kugira bitabe amatora y’imirije muri 2020. Inyuma y’iminsi mike babimenyesheje Icegera ca mbere Gaston Sindimwo akaba yaciye amenyesha ko ata biganiro bazogirana nabo banyepolitike kugira batahe ariko ko uwuzoba afise ikibazo bazomwumviriza ari ngaha mu gihugu. Hakaba hari abanyepolitike bamaze gutaha, aha twovuga Therence Nahimana wo mu mugambwe FPN aheruka gutaha akavuga ko aje kugira yitabe ikoraniro kaminuza ry’uwo mugambwe wiwe rizoba kw’itarike 31 myandagaro 2019, bikavugwa ko ari naryo rizoca ritanga uwuzohagararira mu matora uwo mugambwe mu kibanza c’umukuru w’igihugu.
Igisabo kuri CENI co kuzoshiramwo imigambwe myinshi muma CEPI na CECI
Umugambwe Frodebu nyakuri urasaba umurwi ujejwe gutegura amatora CENI kuzoshira mu mirwi ijejwe gutegura amatora ku rwego rw’intara n’amakomine CEPI na CECI, imigambwe myinshi ishoboka.  Kefa Nibizi arongoye FRODEBU Nyakuri akavuga ko muri kahise wasanga imigambwe iri muri uyu murwi ujejwe gutegura amatora ku rwego rw’igihugu canke iyiri mu nama nshingamateka ariyo wasanga yaronse ibibanza vyinshi muri iyi mirwi y’intara n’amakomine. Mu mugambwe w’abadasigana UPRONA, Olivier Nkurunziza, umunyamabanga mukuru akaba n’umuvugizi wawo avuga ko bariko baritegura mu kurondera abantu bijunja n’ijambo bazotanga mu murwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI kugira nawo uzotoremwo abaserukira UPRONA muri CEPI na CECI. Olivier Nkurunziza agasaba ko naho bitokunda ko iyo mirwi ijamwo imigambwe irenga 30 iri mu Burundi ariko ko CENI yogerageza hakazojamwo imigambwe myinshi ishoboka muyizitaba amatora. Mu kiranga minsi CENI yihaye iyo mirwi ikazoshigwaho mu kwezi kwa Gitugutu canke Munyonyo uw’umwaka.
Umugambwe CNDD ntutomora nimba uzitaba amatora ya 2020
Mukiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uyu wa mbere itarike 12 myandagaro uyu mwaka, Gasupari  Kobako umuvugizi  w’umugambwe Inama y’igihugu ingwanira Demokarasi CNDD (mu mpfunyapfunyo y’igifaransa) avuga ko umugambwe wabo  uzitaba amatora y’imirije mu mwaka uza w’2020 ariko uwo mugambwe ukongera ukavuga ko ushobora kutazitaba ayo amatora canke ukazoyikuramwo mugihe cose utoroherejwe. kubw’uwo mugambwe CNDD ikizowereka ko woja mu matora ngo n’uko uzoba waserukiwe mu nzego z’ijejwe amatora ku rwego rw’intara n’amakomine arizo CPI na CECI, Ariko naho nyene ntutomora urugero rw’ibitigiri ushaka guserukirwako. Uwo mugambwe kandi muvyo usaba harimwo kurekura impfungwa za politike, kureka gutoteza abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi, gutegura guhungura impunzi, guhagarika imitahe irondera abanyamigamwe n’abaharanira agateka kazina muntu bahunze igihugu bakekwa kugira uruhara mu ruhagarara rwabaye muri 2015 hamwe rero n’ukureka ibinyamakuru vyasambuwe muri 2015 bigasubira gukora. Umuvugizi wa CNDD Gasupari Kobako amenyesha kandi ko atamutahe n’umwe ukurikirana umukuru w’umugambwe Léonard Nyangoma ko rero ashobora kuzotaha igihe cose azumva umutima wiwe utekanye. Nyangoma yahunze igihugu mu mwaka w’2011. Uwo muvugizi akanegura ihohoterwa rikorerwa abanywanyi babo mu ntara za Bururi, Rumonge, Bubanza na Rutana.  Mu ntara ya Cibitoke naho ngo CNDD yarankiwe kwugurura ingoro. Uwo mugambwe uri muyitavuga rumwe na leta ya CNDD-FDD  ugashimira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwo bwama bwatunganije ama nama n’abanyepolitike kugira barabire hamwe uko amatora twimirije yogenda neza, ukagirako usaba abanywanyi babo kubandanya batekanye kandi birinda gusotora abo muyindi migambwe.
Umugambwe CDP uri mu runani CNARED wasubiye kwemererwa gukorera aha mu Burundi
Mw’itegeko nshikiranganji ryo kuri uyu wa 9 myandagaro 2019, Pascal Barandagiye aramutswa ubushikiranganji bw’intwaro yohagati mu gihugu yemereye umugambwe Inserukarukamvye CDP gusubira gukorera ku butaka bw’uburundi ku mugaragaro. Umushikiranganji Barandagiye agasigura iyo ngingo avuga ko umugambwe CDP uriko urerekana ugushaka kwiza muvya politike. Uwo mugambwe wemerewe gukorera mu Burundi igenekerezo rya 13 Ntwarante 2009. Mu mwaka w’2015, umukuru w’uwo mugambwe Anicet NIYONKURU ari mu banyapolitike bahunze igihugu. Umugambwe CDP ukaba wari wahagaritswe itarike 12 Mukakaro umwaka w’2017. Anicet Niyonkuru  arongoye uwo mugambwe ari mu banyapolitike bari mu runani rutavuga rumwe na leta rukorera hanze y’igihugu, baheruka kumenyesha ko bagiye gutahuka mu gihugu kugira bitabe amatora ya 2020.
Abagize urunani rutavuga rumwe na leta y’Uburundi CNARED  bashobora gutaha mu gihugu
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo amenyesha ko abanyepolitike bose bahunze igihugu bashobora gutaha bakitegurira amatora y’imirije muri 2020. Kukibazo c’abanyepolitique baronderwa n’imitahe mpuzamakungu yasohowe n’ubutungane bw’uburundi, Uwo mutegetetsi ariko avuga uwuzokenerwa n’ubutungane ko azorenguka akisigura nkuko bigenda kuwariwe wese ari mugihugu. Mugihe urunani CNARED rusaba kuganira, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu avuga ko urwo runani rutazwi na leta y’uburundi ko ariko muri abo banyepolitike uwuzoba afise ico ashaka kuvugana na leta bazokivuganira mugihugu. Ivyo Gaston Sindimwo yabivuze igihe yariko aragendera Radio Isanganiro mugitondo co kuri uruyu wa gatatu. Abivuze kandi mugihe abagize CNARED baheruka kumenyesha ko bifuza gutaha bakaja mu matora y’2020 ariko babanje kuganira na leta.
Ibitari bike vyarizwe mu nama nshikiranganji yabereye I Gitega
Umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre NKURUNZIZA yarakoranije inama nshikiranganji kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 30 Mukakaro umwaka wa 2019 integuro z’amategeko zishika umunani (8) akaba arizo zari k’urutonde rw’ivyigwa murizo hakaba harimwo integuro y’itegeko ijanye na poritike y’igihugu yo gushiraho amahinguriro. Kururwo rutonde rw’iviyigwa hariko kandi integuro y’itegeko ijanye no gushinga ibanki y’urwaruka,integuro y’itegeko ijanye no kuronsa ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagisi ikibanza co kubakamwo inzu y’ububiko. Izindi nteguro z’amabwirizwa zizwe niyo nama nshikiranganji yakoranijwe n’integuro y’ibwirizwa isubiramwo ishirwaho ry’ikigega co gufashanya ku rwego rwa Afirika,integuro ijanye n’intererano y’Uburundi mu nama mpuzamakaminuza yo mu muryango wa Afirika y’Ubuseruko hamwe n’integuro y’itegeko ijanye n’iserukirwa ry’igihugu c’Uburundi mu muryango wa Afirika y’Ubuseruko n’utuntu n’utundi.
Umukuru w’ishirahamwe ALARM yahawe umubonano n’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi
Umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA yahaye umubonano kuruno wa kabiri igenekerezo rya 30 Mukakaro umwaka wa 2019 umukuru w’ishirahamwe ALARM (African Leadership Reconciliation Ministry) muvyo baganiriye akaba ari ibijanye n’amasezerano yo gufashanya hagati y’iryo shirahamwe hamwe n’inama nshingamateka y’Uburundi, ajanye no kuyironsa uburyo bwofasha mu gukarihiriza ubwenge abashingamateka. Bishop Deogratias NSHIMIRIMANA aserukira imbere y’amategeko ALARM yamenyesheje ko muvyo bemereye umukuru w’inama nshingamateka aruko bazofasha mu bijanye no kunagura ubumenyi bw’abakozi batandukanye b’inama nshingamateka. Bishop Deogratias yavuze ko baronkeje kandi inama nshingamateka y’Uburundi imashini nyabwonko zine hamwe n’icuma gifata amasanamu bazotanga mu misi iri imbere. Alexis Badian NDAYIHIMBAZE  avugira inama nshingamateka y’Uburundi yavuze ko ibiri mu masezerano iryo shirahamwe ryemereye gufasha inama nshingamateka y’Uburundi ari ibizoba bijanye n’uburongozi bwiza,gusubiza hamwe,ubutungane ,gutsimbataza amahoro hamwe no gutorera umuti w’indayane.
Pierre Claver KAZIHISE : « Kurorera amatora ntabwo ari ibirori nk’ibindi. »
Umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI Pierre Claver KAZIHISE amenyeshako abazororera amatora bategerezwa kuzoba barigishijwe kandi batahuye kuko kurorera amatora ntabwo ari ibirori nk’ibindi bisaba k’uwuriko arorera aba azi ico aba ariko arorera. Ivyo yabishikirije kuruno wa kabiri igenekerezo rya 23 Mukakaro umwaka wa 2019 mu nama umurwi CENI watunganije ku barongoye amashengero hamwe n’amashirahamwe yigenga  mu ntumbero yo kwitegurira amatora yo mu mwaka wa 2020. Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura iyo nama,umukuru w’umurwi CENI Pierre Claver KAZIHISE yamenyesheje ko hakenewe inyigisho zijanye no  kwibukanya ko amatora ari meza mu gihugu kandi ko adakwiye guhindurwa igikoresho co gucanamwo mu gihugu. Mu gihe amashirahamwe n’amashengero amwamwe amaze kwerekana ko ashoboye igikorwa co kuba indorerezi mu matora,uwo mukuru w’umurwi CENI avuga ko kuba indorerezi mu matora atari ikintu coroshe kuko gisaba gukunda igihugu,ubumenyi hamwe no kwitanga. Pierre Claver KAZIHISE yavuze ati :« Mu gihe tuzoba dushaka abarorerezi bavuye mu mashengero n’amashirahamwe tuzosaba abarongozi babaduhaye kutwereka ko ico gikorwa bagishoboye,  ntidushaka abitwa abarorerezi kandi batazi icabazanye. » Uwo mukuru w’umurwi CENI aheraheza yibutsa ko amatora ari ihiganwa ry’abavukanyi kandi ko hakwiye kwirinda imvugo icokorana hamwe no kwirinda imvugo iyitera ibikomere.
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yakoranije inama nshikiranganji
Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yakoranije kuruno wa gatatu igenekerezo rya 17 Mukakaro umwaka wa 2019 inama nshikiranganji kimwe kuvyari k’urutonde rw’ivyigwa akaba ari integeguro y’ibwirizwa ijanye nivyo gushumbusha. Ibindi  vyari kururwo rutonde rw’ivyigwa n’integuro y’ibwirizwa ijanye no gushinga umurwi  uhurikiyemwo abakozi b’ubushikiranganji butandukanye uzoba ujejwe gukurikirana ibikorwa vy’amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu Burundi hamwe n’integuro y’ibwirizwa nshikiranganji ijanye no gushiraho umurwi ujejwe ivyo gutanga akazi mu mashirahamwe mpuzamakungu ku bakozi b’abarundi. Kururwo rutonde rw’inama nshikiranganji hariko kandi integuro y’ibwirizwa rijanye n’uburovyi hamwe no kwororera mu mazi hamwe n’utuntu n’utundi.
Umukuru w’igihugu yagenye abayobozi bakuru mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu
Abayobozi bakuru hamwe n’abayobozi mu bushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati hamwe n’inyigisho zo gukindisha igihugu bagenywe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu muribo hakaba harimwo Nestor HABONIMANA yagenywe kuba umuyobozi mukuru ajejwe ivy’amatongo “administration du territoire.” Itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero 100/104  ryo kw’igenekerezo rya 4 Mukakaro 2019 rivuga ko Salvator NIZIGIYIMANA agenywe kuba umuyobozi mukuru w’amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike mu gihe Therence MBONABUCA nawe yagenywe n’iryo tegeko nyene kuba umuyobozi mukuru ajejwe inyigisho zo gukundisha igihugu. Abandi bayobozi bakuru bagenywe n’iryo tegeko ry’umukuru w’igihugu ni Nestor BIMENYIMANA ajejwe guhungura ,Evrard NDAYIKEJE ajejwe iterambere ryo hagati mu gihugu,Annociate MPFUKAMENSABE ajejwe ubutunzi bw’amakomine,Christophe NYABENDA ajejwe ivy’intwaro,amategeko ni vya poritike hamwe n’abandi.
Umugambwe APDR washize ahabona uwuzowuserukira mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yimirije
Umupfasoni yitwa Fidélité NIBIGIRA niwe yatowe mw’ikoraniro kaminuza ry’umugambwe APDR ryabaye kuruyu w’Imana igenekerezo rya 7 Mukakaro 2019 kugira azoserukire uwo mugambwe mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yimirije yo mu mwaka wa 2020. Gabriel BANZAWITONDE arongoye umugambwe APDR ku rwego rw’igihugu avuga ko umugambwe arongoye wafashe ingingo yo kuzitaba amatora yose yo mu mwaka wa 2020 atawundi wifatanije kandi ata runani bagiyemwo. Uwo arongoye uwo mugambwe APDR avuga kandi ko bashizeho imirwi 3 umwe ujejwe gutungaya ibijanye n’imyiyamamazo hagati mu gihugu,uwujejwe imyiyamamazo hanze y’igihugu hamwe n’umurwi ujejwe gutunganya neza no gukurikirana ivy’intonde zabitoza batandukanye. Umurwi  ujejwe gutungaya ibijanye n’imyiyamamazo hagati mu gihugu urongowe na Schadrack NSABIYUMVA,Leandre NIYONGERE akaba icegera ciwe,Sosthene MANIRAKIZA akaba ari umwanditsi,umunyabigega akaba Esperance NIKUZE hamwe na Bernard BATUNGWANAYO ari umuhuzabikorwa,mu gihe umurwi ujejwe gutunganya imyiyamamazo hanze y’igihugu urongowe na Pierre MPAWENAYO aba mu gihugu ca Zambiya hamwe na Pierre NSENGIYUMVA ari icegera ciwe nawe akaba aba mu gihugu ca Uganda. Umurwi wa APDR ujejwe ivyo gutunganya no gukurikirana ibijanye n’intonde zabitoza zitandukanye urongowe n’uwitwa Samuel NININAHAZWE,icegera cawo akaba Esperance NISUBIRE,umwanditsi wawo akaba Dismas GIRUKWISHAKA,umunyabigega Elie NSENGIYUMVA mu gihe Nestor NAHIMANA nawe ari umuhuzabikorwa w’uwo murwi. Bitegekanijwe ko itora ry’umukuru w’igihugu, itora ry’abashingamateka hamwe n’itora ry’abajenama b’amakomine rizoba kw’igenekerezo rya 20 Rusama umwaka wa 2020 mu gihe ukwiyamamariza ivyo bibanza bizoba vyuguruwe kuva kw’igenekrezo rya 27 Ndamukiza gushika 17 Rusama umwaka wa 2020.

Umukuru w’igihugu yahagaritse  intererano y’amatora
Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA amenyeshako kubera uburyo bw’amatora yo mu mwaka wa 2020 busa n’ubwakwiye igikorwa co guterera amatora yo mu mwaka wa 2020 vyahora bikorwa n’Abarundi muri rusangi hamwe n’abakozi ba reta bihagaritswe bikazokorwa n’abavyipfuza gusa. Ivyo yabishikirije mw’ijambo yashikirije Abarundi kuruyu w’Imana igenekerezo rya 30 Ruheshi umwaka wa 2019 buca hahimbazwa imyaka 57 iheze igihugu c’Uburundi kironse intahe yo kwikukira. Muriryo jambo umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA avuga ko mu myaka 57 iheze Uburundi buronse Intahe yo kwikukira, kwari akaryo ko kwirimbura kugira abarundi bamenye iyo bavuye, babone aho bageze kandi bategure kazoza birinde agatima ko guhemukira igihugu ahubwo babe imboneza zo gushigikira no guharanira amahoro no kwikukira kw’Uburundi. Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA avuga ko mu ntumbero yo gusubiza Iteka Uburundi hamwe no gutera Iteka abateye Iteka Uburundi, amazina y’inyubakwa, ibibanza n’ivyibutso vyinshi azohindurwa, abe amazina ahuza Abarundi kandi yibutsa Abarundi Amateka y’Igihugu cabo bongere bamirire kure amazina n’inyifato bikomoka ku buhemu. Bimwe muri ivyo bibanza hamwe n’inyubakwa ni nk’Ingoro y’Umukuru w’Igihugu izokwitwa Ntare Rushatsi « Palais Ntare Rushatsi » mu Gifaransa hamwe na Ntare Rushatsi House mu Congereza, Ingoro y’amakoraniro y’Inama Nshingamateka izokubakwa i Gitega izokwitirirwa Umuganwa Rudoviko Rwagasore ;Ingoro y’amakoraniro y’Inama Nkenguzamateka izokwubakwa i Gitega Izokwitirirwa Umushikirangoma wa mbere Petero Ngendandumwe ;ikambi y’abasirikare y’211 y’abakomando I Gitega ikaba igiye kwitirirwa Umwami Ntare Rugamba. Ibindi bibanza ni nk’Ikibuga c’Indege ca Bujumbura kikaba kigiye kwitirirwa Incungu ya Demokarasi Merikiyoro Ndadaye ;Ibarabara ry’uwa 28 Munyonyo rikazokwitirirwa Umwami Mwezi Gisabo ;Ibarabara ry’uwa 3 Nyakanga kuva ubu ryitirirweLt. Gen. Adolphe Nshimirimana ;Ikibuga c’Inkino citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore kikazokwitirirwa Intwari (Stade Intwari mu gifaransa) mu gihe Ibarabara ry’uwa mbere Munyonyo kuva ubu rikazokwitirirwa Incungu ya Demokarasi Merikiyoro Ndadaye. Mur’iryo jambo umukuru w’igihugu yashikirije yasavye impunzi zitarahunguka gutaha mu gihugu abanyeporitike nabo bari hanze abasaba gukubita agatima mpembero mu kwibuka igihugu cabo. Igihugu c’Uburundi caronse intahe kw’igenekerezo rya 1 Mukakaro umwaka w’i 1962, inyuma yaho bwari bumaze imyaka buri ku ntwaro y’Ababirigi. Umukuru w’igihugu akaba yarangije ijambo ryiwe asaba abarundi gufatana munda
Umugambwe APDR uvuga ko ushima ikirangamisi c’amatora ya 2020
Umugambwe APDR uvuga ko ushima ikirangamisi c’amatora yo mu mwaka uza wa 2020 kubona gitanzwe hakiri kare kuko bizobaha akanya gawiye ko gutegura neza abazoja ku ntonde ,gutegura amadosiye yabo hamwe no kurondera hakiri kare ibisabwa kubasha kwitoza mu bibanza bitandakunye. Ivyo vyashikirijwe kuruno wa gatandatu igenekeezo rya 29 Ruheshi umwaka wa 2019  n’umukuru w’umugambwe APDR Gabriel BANZAWITONDE aho yari muri komine Muha mu gikorwa co kuraba uko ibikorwa vy’umugambwe arongoye bitunganijwe muriyo komine. Gabriel BANZAWITONDE avuga ko kubona umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI washize amatora atatu icarimwe k’umusi umwe ,nukuvuga amatora y’umukuru w’igihugu,ayabashigamateka hamwe n’amatora y’abajenama b’amakomine ari akarusho kanini kuko Bizogabaniriza urugendo abatora kandi bifasha kubagabanya intonde z’amatora. Uwo arongoye umugambwe APDR ku rwego rw’igihugu avuga ko yasanze umugambwe arongoye uri ku kivi muri komine Muha mu gisagara ca Bujumbura kandi inzego zo muriyo komine zirangura ibikorwa neza. Gabriel BANZAWITONDE avuga ko biteguriye gukora ibishoboka kugira mu matora yo mu mwaka wa 2020 umugambwe wabo uzoronke ikibanza gishimishije kandi ico bashira imbere ari ineza y’abakiri bato hamwe n’ineza y’abantu bato bato.
Umugambwe CNL wemeza kugiye kugurura vuba ingoro yawo iheruka gusamburwa i Nyabiraba
Umugambwe CNL (Congrès National pour la Liberté) umenyeshako bariko bitunganya kugira barabe uko boshobora kugurura ingoro y’umugambwe wayo yo ku rwego rw’intara iheruka guturirwa i Nyabiraba mu ntara ya Bujumbura. Mw’itangazo umunyamabanga w’umugambwe CNL yashize ahabona kuruno wa gatanu igenekrezo rya 28 Ruheshi umwaka wa 2019, Simon BIZIMUNGU yavuze ko  ingoro y’umugambwe wabo yaturiwe yongera irasamburwa i Nyabiraba mu ntara ya Bujumbura batoyiheba ahubwo bariko bakora ibishoboka kugira bayugurure vuba kuko umutwe n’umutima wabo ariho biri . Uwo munyamabanga mukuru w’umugambwe CNL yavuze kandi ko naho hibonekeza ibikorwa nkivyo bibi vyo gusibanganya ingoro z’umugambwe wabo nko muri komine Muhuta mu ntara ya Rumonge,Buganda mu ntara ya C’ibitoke ,Gashikanwa mu ntara ya Ngozi hamwe n’ingoro yaturiwe yongera irasamburwa i Nyabiraba mu ntara ya Bujumbura ,bashima akigoro k’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.
Simon BIZIMUNGU yavuze ati : « N’ubwo biruko ,umugambwe CNL urashima utwigoro tw’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu,gukundisha igihugu,n’iterambere ryegereye abanyagihugu two gukoranya ba buramatari hamwe n’abarongoye imigambwe mu ntumbero yo kugarukana icuka ciza ca poritike mu gihugu. » Kubijanye n’igikorwa co gukora amatora atatu icarimwe mu gihe c’amatora,uwo munyamabanga mukuru wa CNL avuga ko bavyakira neza kuko bifasha abanywanyi babo nk’ivyo gutera ubwoba bikahava ndetse bigatuma bacungura n’umwanya. Simon BIZIMUNGU asaba akarere n’amakungu gukurikiranira hafi Uburundi imbere inyuma canke mu gihe c’amatora ,imigambwe nayo akayisaba kwigisha imico myiza y’amahoro,kwihanganiranira hamwe n’urukundo abanywanyi babo.
Umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI washize ahabona ikirangamisi c’amatora yo mu mwaka wa 2020
Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI (Commision Electorale Nationale Independante) washize ahabona ikirangamisi c’amatora yo mu mwaka wa 2020 aho itora ry’umukuru w’igihugu,itora ry’abashingamateka hamwe n’itora ry’abajenama b’amakomine azobera icarimwe ku musi umwe. Umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI, Dr Pierre Claver KAZIHISE amenyeshako iryo tora ry’umukuru w’igihugu, itora ry’abashingamateka hamwe n’itora ry’abajenama b’amakomine ritegekanijwe kw’igenekerezo rya 20 Rusama umwaka wa 2020 mu gihe ukwiyamamariza ivyo bibanza bizoba vyuguruwe kuva kw’igenekrezo rya 27 Ndamukiza gushika 17 Rusama umwaka wa 2020. Dr Pierre Claver KAZIHISE avuga ko itora ry’abakenguzamateka ritegekanijwe kw’igenekerezo rya 20 Mukakaro umwaka wa 2020 mu gihe ukwiyamamariza mur’ico kibanza bizotangura kw’igenekerezo rya 27 Ruheshi 2020 gushika 17 Mukakaro 2020 ,naho  itora ry’abajenama bo ku mitumba n’amakaritiye ritegekanijwe kw’igenekerezo rya 24 Myandagaro 2020 mu gihe ukwiyamamariza ivyo bibanza bizoba kw’igenekerezo rya 1 Myandagaro 2020 gushika igenekerezo rya 21 Myandagaro 2020.
Uwo mukuru w’umurwi avuga ko bashize ahabona ico kirangamisi c’ayo matora hasigaye amezi 11 kugira bafashe abantu bose kuyitegurira neza ata musunikano canke kwihuta hamwe no gufasha kugira igihe nicagera ntihagire umuntu azogira icitwazo c’umwanya ngo asabe kwigiza inyuma ikiringo c’igikorwa kizoba gitegekanijwe. Kubijanye n’abantu batashoboye kwiyandikisha mw’iyandikwa ryaheze ryo mu matora aheruka y’ibwirizwa nshingiro ryo mu mwaka uheze,Dr Pierre Claver KAZIHISE avuga ko bazoronswa umwanya wo kwandikwa kugira bemererwe gutora ariko basabwa kuba bararondera ivya nkenerwa kugira hazogera aho babatumako kwiyandikisha babifise ndetse n’abantu amakarata y’itora yatakaye canke yononekaye inyishu yavyo iriko iratorerwa umuti. Ku kibazo kijanye n’abarorezi mu matora ,Dr Pierre Claver KAZIHISE yavuze ati : « Nta muntu numwe akumiriwe kuba indorerezi mu matora ,haruko bitunganijwe n’amategeko kuko abashaka kuba abarorerezi baratanga amadosiye yabo,akirwa inyuma yaho uwemerewe akemererwa yaba umurundi canke umunyamahanga. » Uwo arongoye umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI avuga kandi ko mu bikorwa bamaze gutunganya ari ugutororokanya ibibanza vy’iyandikiro vy’amatora bazokorerwamwo ayo matora yimirije.
ONPGH iriyamiriza ibiheruka gushikirizwa na Smail CHERGUI
Inama nkuru y’igihugu ijejwe gukinga no kurandurana n’imizi ihonyabwoko ,amabi aturuka ku ntambara n’ayandi mabi asinzikaza agateka ka zina muntu iriyamiriza ibiheruka gushikirizwa mu nama ijejwe umutekano ya ONU na Smail CHERGUI arongoye igisata c’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afirika, aho yavuze ko igihugu c’Uburundi kiri mu gihe ca poritike n’umutekano biteye ubwoba. Mw’itangazo umukuru w’inama nkuru ijejwe gukinga no kurandurana n’imizi ihonyabwoko yasohoye kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 25 Ruheshi 2019,Jean De Dieu MUTABAZI avuga ko amajambo yo gusiga iceyi ishusho y’igihugu yashikirijwe na Smail CHERGUI ari umugambi wo gushaka gusambura inzego z’igihugu n’ugutera intambara mu gihugu. Jean De Dieu MUTABAZI yavuze ati :“ Mu vy’ukuri amajambo nk’ayo yo gusiga iceyi ishusho y’Uburundi ari mu mugambi ubandanya wo gushaka gusambura inzego z’igihugu n’ugutera intambara mu Burundi.”  Jean De Dieu MUTABAZI avuga ko mu gihe hari ibihugu bimwe vyasaba ko haba akanama kuvy’ Uburundi hari n’ibindi vyashigikiye reta y’Uburundi vyabonyeko kubandanya ako kanama k’Uburundi ata nyungu birimwo kubera ko ibintu vyifashe neza mu Burundi ahubwo icokorwa aruko ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryobandanya rishigikira Uburundi mu kubaka igihugu kandi ko ibihano vyafatiwe Uburundi vyokurwa. Uwo atwara iyo nama nkuru y’igihugu ijejwe  gukinga no kurandurana n’imizi ihonyabwoko ,amabi aturuka ku ntambara n’ayandi mabi asinzikaza agateka ka zina muntu atera akamo abarundi bose kurwanira intahe yo kwikukira bongere bashire imbere umutima wo gukunda igihugu.
Ibibanza bizoberamwo amatora ya 2020 bigiye gutororokanywa
Umugwi ujejwe gutunganya amatora CENI watanguje igikorwa co gutororokanya ibibanza vyamatora ya 2020 mu ntara no mugisagara ca Bujumbura. Uwurongoye uwo mugwi Pierre claver KAZIHISE amenyesha ko ivyo bibanza bizofasha mukwiyandikisha kubatashoboye kwiyandikisha mumatora yi 2017, bikazofasha no gutoregwamwo mumatora ya 2020.  Uwo arongoye umugwi CENI abandanya amenyeshako itororokanywa ryivyo bibanza rizotuma umugwi CENI umenyako ibibanza warusanganywe bigihari, kuringaniza mu buryo burashe imirimo izohabera, kumenya igitigiri cabazohakorera, kumenya ibikoresho bikenewe n’ingene bingana. Pierre claver KAZIHISE amenyesha kandi ko ivyo bikorwa vyogutororokanya ivyo bibanza bigiye kubandaniriza no muzindi ntara kuva kumagenekerezo ya 24-26 ruheshi uno mwaka.
Umuvugizi w’umukuru w’igihugu yemeza ko ingingo y’umukuru w’igihugu yo kutitoza muri 2020 itarahinduka 
Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean Claude KARERWA avuga ko ingingo umukuru w’igihugu yashikirije Uburundi hamwe n’amakungu ko atazokwitoza mu mwaka wa 2020 ikiri kurya nyene kandi yayifashe yahanuje Imana atawundi muntu yoshobora guhanuza asumba Imana kandi ko kuriyo ngingo yashikirije atakirahinduka. Mu gihe havurwa ko hari urwaruka rw’imbonerakure ruriko rutegura imyiyerekano kugira rusabe umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA gusubira kwitoza mu mwaka wa 2020,umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean Claude KARERWA avuga ko ico kibazo cavuzwe kenshi ndetse kirishurwa,abavuga yuko hari urwaruka rw’imbonerakure ruriko rutegura imyiyerekano yo kugondoza umukuru w’igihugu azokwitoze atavyo azi. Jean Claude KARERWA yavuze ati :« Abo babivuga ntabonzi kugira bagondoze umukuru w’igihugu kuzokwitoza mu mwaka wa 2020,Uburundi bugengwa n’amategeko uwushaka gukora imyiyerekano n’uburenganzira bwiwe yabisavye biciye mu mategeko nta kibazo ikibi n’ugukora imigumuko. » Jean Claude KARERWA aheraheza yemeza ko iyo ingingo umukuru w’igihugu yafashe nubu ikiriho kandi atawundi muntu azohava ahanuza.

Edouard NDUWIMANA :“Turatewe impungenge n’imyifato yo guturira hamwe no kwiba amadarapo vy’imigambwe.”
Umuhuza w’Abarundi Edourad NDUWIMANA avuga ko atewe impungenge  n’imyifato yatanguye kwigaragaza ijanye no guturira hamwe no kwiba amadarapo eka n’ibindi bikorwa bibi bikorerwa imigambwe.  Mu kiganiro aho yashikiriza itangazo kubijanye n’ibiherutse gushikirizwa na  Smail Chergui ajejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afirika, Edoaurd NDUWIMANA avuga ko bateye ivyatsi ibikorwa bibi aho ingoro y’umugambwe CNDD FDD yarashwe yongera iramenagurwa mu ntara ya Bubanza hamwe n’ingoro y’umugambwe CNL yaturiwe i Nyabiraba mu natara ya Bujumbura. Uwo muhuza w’Abarundi asaba abajejwe amatohoza gukora ibishoboka kugira abo bagizi ba nabi bahanwe vy’akarorero mu ntumbero yo gutuza hamwe no guca intege abantu bose bafise intumbero nkiyo. Edourad NDUWIMANA atera akamo abarongoye imigambwe kwigisha abanywanyi babo na cane cane urwaruka ico bisigura kwihanganirana kubatavuga rumwe muri poritike.
Umuhuza w’Abarundi aratera ivyatsi ibiherutse gushikirizwa n’uwujejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika
Umuhuza w’Abarundi Edouard NDUWIMANA aramenyesha kubiherutse gushikirizwa mu nama ijejwe umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’uwjejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ibihugu ya Afirika Smail Chergui kubijanye nuko  ibiganiro vyo hanze vyosubira kuba mu ntumbero yo kunywanisha abarundi ko ivyo vyavuzwe ari ugusamaza abarundi hamwe no guhuvya abanyeporitike bariko bitegurira amatora. Mw’itangazo umuhuza Edouard NDUWIMANA yashikirije kuruno wa gatatu igenekerezo rya 19 Ruheshi umwaka wa 2019,yaneguye ivyo Smail Chergui yagiye gushikiriza. Edouard NDUWIMANA yavuze ati : “Uravye uko abarundi bafatanye mu nda ubu mu gihugu ico cegeranyo nticari gikwiye kuko amanama ane yabereye hanze y’igihugu yar’akwiye kugirango umufasha w’umuhuza asozere igikorwa yari yahawe kandi yarabikoze yongere ashikiriza icegeranyo umuhuza yagenywe n’abakuru b’ibihugu vy’akarere ,ubu ibiganiro vyarasozerewe.” Edouard NDUWIMANA avuga ko bemera kandi bashigikira  ingendo y’ibiganiro mu bisata vy’ubuzima bwose bw’igihugu hamwe no mu gutunganya amatora kubwivyo basaba umurwi ujejwe gutegura amatora CENI n’aberwa n’amatora kuja inama n’ingingo mu gutunganya ibiganiro n’amanama mu ntumbero yo kurabira hamwe ivyobera inzitizi amatora kugira babitorere umuti hamwe. Uwo muhuza w’abarundi atera akamo abanyeporitike bari hanze y’igihugu kudasamazwa n’abavuga ko hari ibindi biganiro bishoboka ariko batahuke kugira bafashanye n’abandi gutegura amatora.
Umukuru w’igihugu wa RDC n’uwu Burundi bemeranije kurwaniriza hamwe  imirwi igwanira ku butaka bwa Kongo
Umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre NKURUNZIZA hamwe n’umukuru w’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bemeranije gukorera hamwe kugira barwanye imirwi yitwaje ibigwanisho igwanira ku butaka bw’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo hamwe no gukwirikiranira hamwe ibikorwa vy’umutekano y’ivyo bihugu bibanyi. Mw’itangazo ryasohowe inyuma y’urugendo umukuru w’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo yakoze mu gihugu c’Uburundi kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 14 Ruheshi 2019,uwo mukuru w’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo yaganiriye na mugenzi we w’Uburundi Pierre NKURUNZIZA kubibazo bijanye n’inyungu rusangi hagati y’ivyo b’ibihugu bibiri ,ibijanye n’akarere k’ibiyaga binini eka n’ibindi bibazo muri rusangi hamwe no kunagura imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri. Iryo tangazo rivuga ko umukuru w’igihugu ca Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo yashimye iterambere ku bijanye n’ubutunzi  hamwe no gutsimbataza intwaro rusangi igihugu c’Uburundi kigezeko yomgera ashima n’igikorwa c’Uburundi mu bijanye no kugarukana amahoro n’umutekano mu bindi bihugu nka Somariya,Darfour muri Sudani, Côte  d’ivoire ;Haiti,Mali hamwe no muri Republique Centre Afrique. Abo bakuru b’ibihugu babiri bemeranije ko bagiye kunagura hamwe no gukomeza amashirahamwe y’akarere ivyo bihugu biherereyemwo mu ntumbero yo gukomeza amahoro n’umutekano  n’iterambere hamwe no gushiraho uburyo bushasha bw’imigenderanire bushingiye ku bikorwa biboneka.
Umukuru w’igisata c’urwaruka mu mugambwe APDR asaba urwaruka kwima amatwi ba sesankuyoze
Umukuru w’igisata c’urwaruka c’umugambwe APDR –Urunani rw’amahoro n’ugusubizahamwe, Leonidas NSHIMIRIMANA asaba Inkerebutsi za APDR hamwe n’urundi rwaruka kwima amatwi ba sesankuyoze ,abarongoye  imigambwe nabo akabasaba guha ikibanza kibereye urwaruka haba mu nzego zifata ingingo mu migambwe eka mbere no mu kworoherezwa kuja ku ntonde z’imbere kuko urwaruka rukunze gukumirwa bifatiye ku buryo buba busabwa mu kwiyamamaza. Mw’ikoraniro kaminuza ico gisata c’Urwaruka “Inkerebutsi” catunganije kuruno wa gatandatu igenekerezo rya 15 Ruheshi umwaka wa 2019,Leonidas NSHIMIRIAMANA yavuze ko badashima imyifato y’urwaruka rumwe rumwe rwerekanye igihe hari himirije amatora mu mwaka wa 2015 ahubwo urwaruka rukwiye kufatana munda mu kwirinda ingendo z’abanyeporitike bashaka gusubiza igihugu mw’ihumbi mu kugira urwaruka abaja. Umukuru w’umugambwe APDR Gabriel BANZAWITONDE yasavye urwaruka ruhurikiye mu mugambwe atwara kwirinda ingendo y’abanyeporitike iba ifise intumbero yo gusubiza mw’ihumbi igihugu babanje kurukoresha ahubwo rwiteho kumenya imigambi myiza y’imigambwe abe ariyo bakwirikirana mu mahoro no mu mutekano. Gabriel BANZAWITONDE yavuze ko ico bashira imbere mu mugambwe wabo aruko haba amabanki y’iterambere mu gishingo c’amabanki y’ubudandaji kuko zifasha guteza imbere abanyagihugu bato bato kuko arizo zirondera abantu zikabaha imigambi n’imitahe bamaze gukora bakabona kuriha ideni. Gabriel BANZAWITONDE yavuze ati :“Ibanki y’iterambere niyo irondera abantu ikabakorera imigambi zikabaronsa uburyo ariko ibanki y’ubudandaji umuntu niwe yiruka inyuma yayo.” Uwo mukuru w’umugambwe APDR yaboneyeho akaryo ko kumenyesha ko kw’igenekerezo rya 7 ukwezi kwa Mukakaro umwaka wa 2019 ariho bazoshikiriza uwuzokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu muruwo mu mugambwe mu matora yo mu mwaka wa 2020.
Urugendo rw’ umukuru w’igihugu ca republika iharanira demokrasi ya Congo mu Burundi
Umukuru w’igihugu ca republika iharanira demokrasi ya Congo Félix - Antoine Tshisekedi  yashitse Isaha icenda zuzuye ku kibuga c’indege ca Bujumbura aho yakiriwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre Nkurunziza ari kumwe n’abandi banyacubahiro batari bake. Amasinzi yabanye congo baba mu Burundi bari basidukanye n’iyonka kuza kwakira umukuru w’igihugu cabo aho hari amajambo bamwakiranye asohotse kubaramutsa, bagira bati : Mukuru w’igihugu Antoine , ntiwibagire abanyagihugu bawe ibuka ivyo Data wawe yasize akubwiye ko umunyagihugu ariwe w’ambere wo kwitaho hama wewe ukimenya munyuma. Inyuma yaho yaciye aja kwakirirwa mu biro vy’umukuru w’igihugu.
Urugendo rwiwe bitegekanije ko rurangira uyu musi nyene aho aza kurara asubiye mu gihugu ciwe.
Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yakoranije inama nshikiranganji
Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yakoranije kuruno wa gatatu inama nshikiranganji aho ku rutonde rw’ivyigwa hitezwe kwigwa integuro z’amategeko ashika kuri 8 murizo hakaba harimwo integuro ijanye  no kubaka ikigo co kwakira amanama mpuzamakungu mu gisagara ca Bujumbura. Zimwe murizo nteguro z’amabwiriza ni nk’iyijanye no gushiraho igitabo ngenderwako n’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza ,iyijanye n’integuro isubiramwo ibwirizwa rijanye na sentare ntahinyuzwa hamwe n’integuro ijanye no gushiraho uko sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro yotunganywa. Izindi nteguro ziri kururwo rutonde rw’ivyigwa n’iyo nama nshikiranganji ni integuro ishiraho uko ubugenduzi bukuru bw’akazi hamwe no gutegekaniriza kazoza abakozi uko vyotunganywa,integuro y’itegeko isubiramwo ibijanye no gushinga igitigiri c’amafaranga yotangwa mu bijanye no  gushingura umukozi abifitiye uburenganzira,integuro ijanye no gushiraho ingomero z’ibiri k’uruzi Kirasa hamwe n’utuntu n’utundi.
Urugendo mu Burundi rw’umunyamabanga nshingwabikorwa w’ishirahamwe COMESA
Kur’uyu musi wa kabiri igenekerezo rya kane ruhenshi 2019, Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu umushingahantahe Ezechiel NIBIGIRA ari kumwe n’umushikiranganji w’ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi umushingantahe Jean Marie NIYOKINDI bahaye umubonano umunyamabanga nshingwabikorwa w’ishirahamwe COMESA umupfasoni CHILESHE MPUNDU KAPWEWE. Mu biyago bagiranye ahanini kwari ukuraba imigenderanire iri hagati y’Uburundi n’iryo shirahamwe. Mwijambo uwo mu nyamabanga nshingwabikorwa yashikirije abanditsi n’abamenyeshamakuru, yashimye cane ingene asanze igihugu c’uburundi kimeze. Ati n’igihugu gitekanye harimwo umutekano ukwiye. Yanamenyesheje ko umuzo wiwe ari kugira arabe imigambi y’iterambere ifashwa n’iryo shirahamwe mu Burundi ko iriko igenda neza kandi akemera ko niyindi migambi myiza iri mbere, ko bazobandanya bafitaniye imigenderanire myiza n’Uburundi. Umushikiranganji w’imigenderanire y’uburundi n’ayandi makungu nawe arashima urugendo rw’uwo mushitsi. Ngo vyerekana ko afise ishaka ridasanzwe ku neza y’uburundi. Ku kibazo c’uburyo bwakoreshejwe mu gutegura inama y’iryo shirahamwe COMESA yari yategekanijwe kubera mu Burundi mu mwaka uheze wa 2018 muga igahindurirwa ikibanza mu mwanya wanyuma umushikiranganji yamenyesheje ko umurwi wazananye n’uwo mupfasoni ugiye vuba gukorana n’umugwi w’ino kugira barabe uburyo bwakoreshejwe hama busubizwe. Umushikiranganji abajijwe nimba COMESA itazotera agacumu k’ubumwe mu gushigikira amatora yo mu 2020, yishuye ko amatora ar’ayabarundi kandi ko bariko bayitegurira neza bonyene kandi ko bizoshoboka batarinze kugira ico basaba hanze.
Mairie :Inama yaberwa n’ikibazo c’amatora yatunganije na CENI 
Umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI wakoranije kuruno wa kabiri igenekerezo rya 7 Rusama 2019 inama ihuza abantu bose berwa n’ikibazo c’amatora ijanye no gutsimbataza intwaro rusangi mu ntumbero yo gutunganya amatora meza y’umwaka wa 2020. Muriyo nama ,umukuru w’umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI Pierre Claver KAZIHISE yavuze ko kugira intwaro rusangi itsimbatare aruko agateka ka zina muntu kubahirizwa hamwe n’ishaka kandi ko iyo amatora atunganijwe neza biha iteka igihugu mu makungu. Uwo mukuru w’umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI asaba urwaruka kudahendwa n’abanyeporitike ,abanyeporitike nabo akabasaba kwama bashira imbere ikiyago.
Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA avuga ko umusi  wahariwe abakozi n’abakoresha ari akaryo keza ko kwirimbura no kwigira inama
Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA avuga ko umusi mpuzamakungu wahariwe abakozi n’abakoresha ari akaryo keza ko kwirimbura no kwigira inama, tutibagiye kwidagadura, kwishima no kwishimiriza twigina ivyo twaranguye.
Mw’ijambo yashikirijwe buca hahimbazwa uwo musi mukuru,Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA asaba abarundi bose ko kuruwo musi mukuru  kutawuhereza mu birori no kwidagadura gusa ahubwo Kabe akaryo ko kwerekana ku mwaka ku mwaka ico bashoboye, mu kuraba ivyaranguwe hamwe n’akarusho ku mwimbu bafatiye ku myaka iheze. Umukuru w’ighugu avuga ati :« Igiti ntikimenyekana kubera izina citwa, bakimenyera ku vyamwa ». Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA arashimira  abakozi bose, aba Reta n’ab’amashirahamwe yegamiye Reta, abo mu mashirahamwe yigenga canke abikorera utwabo umwe wese ku giti ciwe, ku buryo barangurana umwete imirimo bajejwe. Iyindi mirwi umukuru w’igihugu yashimiye mw’ijambo ryiwe n’abantu bagiye hamwe bagashinga amahinguriro yivyimburwa mu Burundi nk’ibigori, ibitoke, ingano, ivyamwa, amazi, n’ibindi, baboneraho gutanga ubuzi, amatagisi hamwe n’amakori. Umukuru w’igihugu arashimira kandi  abagiye hamwe bakagira amahinguriro y’ubutare bwo mu gihugu, ay’ifumbire, amabati, imisumari, ivyuma nkomezanyubakwa, abakora ibikorwa bitera iteka igihugu mu makungu nk’abakinyi b’Intamba mu Rugamba, abakinyi ba Judo, abanonotsi babaye aba gatanu ku bihugu birenga 40 vyahiganwa, Abanyeshure b’Abarundi baronka amanota n’ibibanza vyiza mu makungu hamwe n’abandi batera iteka igihugu mu mahiganwa atandukanye bagatahana ibibanza vyiza n’udushimwe dushimishije. Muvyo anegura harimwo  ibikorwa bidatera iteka bikorwa n’abantu bamwe bamwe vyibonekeza mu bisata bitandukanye vy’igihugu nko mu bajejwe intwaro, mu nzego z’Umutekano no kwivuna abansi, mu bucamanza, mu gisata c’amagara y’abantu, mu gisata c’ubutunzi, mu gisata kijejwe gutunganya ibisagara n’ibikorwa vya reta, mu gisata c’indero ; abakozi bacerwa, abarya imitsi abandi n’abandagaza amabanga y’akazi, abakingira ikibaba ababangamira umutekano n’ubutunzi bw’Igihugu, abakozi ba Reta biha ububasha badahabwa n’amategeko, abahingura ivyonona amagara y’abantu, abo mu mashirahamwe ya Reta basa n’abayagize ivyibare vyabo hamwe  n’abandi. Umukuru w’igihugu avuga ko  n’aho abo badondaguye bari ku rushi, batokwirengagiza yuko Ubuto bw’urutobo butarubuza kurura. Iyindi mirwi iri muvyo anegura n’abantu ku giti cabo bakora ibitaroranye nk’ababangamira ibidukikije, adadanza bamwe bikinga agahumbezi hamwe n’abandi bashorera ibidandazwa hanze y’Igihugu ntibaheze ngo bagarukane amahera y’agaciro, abadandaza ivyataye agaciro nk’imiti, abarya ibiturire n’izindi ngeso z’uburyarya, Abakozi b’Imana bataye umurongo hamwe n’abatyoza igihugu n’ubundi bubegito butandukanye. Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA asaba Umurundi wese  kwibaza kandi akiha inyishu itomoye, kugira abone gufata ingingo y’ibibazo yo kwibaza nkibijanye nintererano yiwe mw’irangurwa ry’Umugambi Ndongoramigambi w’imyaka cumi,ico azoterera  mu mugambi w’igihugu wo gukingira ibidukikije « Ewe Burundi Urambaye » ,uruhara afise mu migambi yo kurwanya ubukene n’inzara, kurwanya ibiturire n’isesagurwa ry’ubutunzi bw’igihugu, kuvyara ku rugero hamwe no mu yindi migambi y’igihugu. Aheraheza asaba kandi  Incabwenge kubera akarorero n’icitegererezo abandi mu kwitegurira imigambi,abarundi abasaba muri rusangi  kwijukira gukorera mu makoperative no mu yandi mashirahamwe,amabanki nayo akagabanya  inyungu isabwa kuwasavye ingurane. Mwomenya ko umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe abakozi n’abakoresha ko wahimbarijwe mu ntara ya Rumonge ku rwego rw’igihugu ,uno mwaka ukaba wahimbajwe ku civugo kivuga giti : « Burundi bwacu, Burundi buhire, tugutuye amaboko, umutima n’ubuzima ».

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yuguruye ihuriro kaminuza ry’urwaruka 
Umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre NKURUNZIZA yuguruye kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 26 Ndamukiza umwaka wa 2019 ihuriro kaminuza ry’urwaruka ry’umwaka wa 2019 aho rwiteze kuronswa inyigisho zijanye no gukunda igihugu hamwe n’izijanye no kwiga imigambi y’iterambere. Umushikiranganji w’urwaruka Evelyne BUTOYI yavuze ko intumbero y’iryo huriro rigira kane ari gukoranya urwaruka rwo mu ntara zose z’igihugu kugira ruganire kubijanye n’amahoro,kuzirikana igihugu hamwe n’ibijanye no kwiteza imbere. Evelyne BUTOYI avuga kandi ko ibice 66 kw’ijana vy’abanyagihugu mu gihugu bagize n’urwaruka ruri musi y’imyaka 25 arico gituma urwaruka arirwo mushinge w’iterambere ry’igihugu. Uwo mushikiranganji ahamagarira abanyeporitike gushira inguvu hamwe na reta y’Uburundi kugira bashobore kurera urwaruka ivyibonekeje mu myaka iheze aho urwaruka rwakoreshwa n’abanyeporitike bihere.  Iyo nama yatunganijwe ku murwa mukuru wa poritike Gitega,yitabwe n’urwaruka rushika 450 ruvuye mu makomine yose agize igihugu c’Uburundi hamwe n’amazone yose yo mu gisagara ca Bujumbura.
Evariste NDAYISHIMIYE :“Ingingo yo guhitamwo Pierre NKURUNZIZA mu mwaka wa 2015 yafashwe hisunzwe amategeko n’ubutwari bwiwe.”
Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD Evariste NDAYISHIMIYE amenyeshako inyuma y’imyaka ine iheze uwo mugambwe ushize imbere umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA ngo awuserukire mu matora yo mu mwaka wa 2015, iyo ngingo yafashwe hisunzwe amategeko y’igihugu hamwe n’ubutwari bw’umukuru w’igihugu. Mu kiganiro umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kane igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2019,Evariste NDAYISHIMIYE avuga ko mu gufata iyo ngingo yo guhitamwo umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA kugira awuserukire mu matora y’umukuru w’igihugu abagumyabanga barengeye iterabwoba ry’abarundi bamwe bamwe baterekwa inzira y’intwaro rusangi ariko bategekwa n’ivyiyumviro vyabo hamwe n’amategeko y’abansi b’Uburundi. Evariste NDAYIHIMIYE avuga ko inyuma y’iyo ngingo abanyeporitike bamwe baciye bosha urwaruka baruroha mu bikorwa bibi kandi ko ico gikorwa cabo banyeporitike cari gihishije umugambi wo gutembagaza inzego z’igihugu. Uwo munyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD avuga kandi ko iyo ngingo yo kwemeza umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA kuba uwuwuserukira mu matora waseruye ibintu vyinshi vyari vyinyegeje wongera ushira ahabona abaterekwa intwaro rusangi kwitsimbatara mu gihugu. Evariste NDAYISHIMIYE yavuze ati :“Ingingo y’abagumyabanga yo kwemeza Nyenicubahiro Petero NKURUNZIZA kuba umukandida wabo yaseruye vyinshi vyari vyinyegeje,irashira n’ahabona abaterekwa ko Demokarasi itsimbatara mu Burundi.” Uwo munyamabanga mukuru CNDD FDD avuga ko ivyabaye mu mwaka wa 2015 vyabonetse ko yari integuro ndende,yiteguriwe n’abantu benshi harimwo n’ibihugu bimwe bimwe. Evariste NDAYISHIMIYE avuga ko bashima Reta y’Uburundi ku ntambwe ishimishije y’amahoro n’umutekano igihugu kigezeko akongera agashima kandi hamwe n’umubano mwiza uranga abanyeporitike n’abanywanyi babo mu budasa bwabo. Uwo munyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD aheraheza asaba abarundi guteramira amahoro n’umutekano,kudasamazwa n’ibivugwa canke ivyandikwa bica ivutu aho biva hose hamwe no kurushirizaho kwitwararika ibikorwa vy’iterambere.
Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu busaba abarongozi b’ishengero ry’abadivantisite gutora umurongozi yemewe na bose
Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu busaba abarongozi  b’ishengero ry’aba adiventisite bo ku musi w’indwi  gutora umurongozi mushasha yemewe na bose vuba kugira hatorerwe umuti w’ico kibazo c’ishengero ryabo. Mu rwandiko umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu yandikiye umukuru ajejwe inama nkuru y’iryo shengero,Pascal BARANDAGIYE avuga ko kugumizaho umupasitori atemewe na bose Lameck BARISHINGA ku rwego rw’umukuru w’ishengero vyotuma ingorane ziba ndanse kandi vyotuma n’umutekano w’abayoboke hamwe n’uwikibano uhungabana. Uwo mushikiraganji avuga ko itegeko ry’igihugu rigenga amashengero mu gihugu ariryo rifasha kugira amahoro,ubumwe hamwe n’umutekano w’abanyagihugu bibe mw’ituze kandi ariryo rifasha kugira imigigwa ijanye no gusenga ikorwe neza mu mutekano ariryo rikwiye kwisungwa  kugira inyishu y’ingorane zabo iboneke. Pascal BARANDAGIYE yafashe ingingo ko pasitori Joseph Ndikubwayo aba aratwara iyo shengero mu kurindira ko hafatwa iyindi ngingo aca asaba no gutunganya amatora azohurizwako na bose.

Umukuru w’inama nshingamateka Pascal Nyabenda yahaye umubonano icegera c’uwutwara inama yamaho y’inama nshingamateka y’Ubushinwa
Umukuru w’inama nshingamateka Pascal Nyabenda yahaye umubonano kuruno wa mbere igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2019 icegera c’uwutwara inama yamaho y’inama nshingamateka y’Ubushinwa Cao Jianming muvyo baganiriye akaba ari ibijanye n’imigenderanire mu bisata bitandukanye hagati y’Uburundi n’Ubushinwa.
Umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA yavuze ko Uburundi bushima gufashanya hagati y’Uburundi n’Ubushinwa kuko ata kintu kibanza gusabwa nkuko biri ku bindi bihugu kandi abacafuza Uburundi mu kubuvuga nabi hamwe n’ivyandikwa  ari ibinyoma bikorwa mu ntumbero yo gucafuza igihugu c’Uburundi. Icegera c’uwutwara inama yamaho y’inama nshingamateka y’Ubushinwa Cao Jianming yavuze ko urugendo yakoze mu Burundi ruzofasha kugira hakomezwe imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ubushinwa kandi ko kuvyerekeye abacafuza Uburundi,Ubushinwa butazobiha agaciro na rimwe. Cao Jianming yaciye aronsa inama nshingamateka y’Uburundi amafaranga akoreshwa mu gihugu c’Ubushinwa “Amayuwani” angana ibihumbi 500 azofasha mu gutunganya neza aho abashingamateka b’Uburundi bakorera.
Ubushikiranganji bw’imigenderanire bwatunganije inama n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi
Ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bwatunganije inama ku baserukira ibihugu vyabo mu Burundi hamwe no kubaserukira amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu gihugu mu ntumbero yo guhana amakuru,guhahana ivyiyumviro hamwe no kunagura ibintu bitandukanye bihuza ivyo bihugu,amashirahamwe mpuzamakungu hamwe na reta y’Uburundi. Bimwe muvya vugiwe  muriyo nama akaba ari ibijanye nuko ubucuti n’imigenderanire hagati y’Uburundi navyo uko vyifashe muri rusangi,ibijanye nuko umutekano na poritike uko vyifashe mu gihugu ,ibijanye n’ubutungane hamwe n’ibijanye n’agateka ka zina muntu. Ibindi biri muvyarabiwe hamwe muriyo nama n’ibijanye n’igikorwa co guhungura impunzi abantu hamwe no kuzisubiza mu vyabo,ubwigenge bw’ibimenyeshamakuru mu Burundi hamwe n’ibijanye n’uko umwimbu wiyongera mu ntumbero yo gushika ku mugambi w’iterambere w’umwaka wa 2018 ushira umwaka wa 2027.
Amashirahamwe PISC-Burundi na CAPES + avuga ko hariho  ivyotuma umutekano uhungabana mu gihe c’amatora 
Amashirahamwe PISC-Burundi na CAPES + amenyeshako mu gihe himirije amatora mu gihugu hariho inyonko z’amatora hamwe n’izindi ngendo zitabereye mu banyamigambwe hamwe n’izindi ngendo vyohava bihungabanya ingendo y’intwaro rusangi canke amahoro n’umutekano mu gihugu. Mu kiganiro uwuserukira CAPES + yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kabiri igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2019, Hamza Venant BURIKUKIYE avuga ko mu gihe ivyo vyibonekeza uruhara rw’umurundi wese ari gukomeza amahoro no kugendera ukunywana hagati y’abarundi   kugira bakingire ingendo yose yoza isambura. Hamza Venant BURIKUKIYE avuga ko kubona amashirahamwe akomoka k’ubumwe bwa Buraya afasha Uburundi mu vy’ubuhinga n’ubutunzi atera ivyatsi ingingo yafashwe n’urwego CNC yo kwugara iradiyo BBC hamwe no kugumiza iradiyo ry’Abanyamerika mu bihano bigaragaza ko ayo mashirahamwe yakoreye kuzindi mvo hamwe n’ibishobisho. Kubijanye n’imfashanyo ayo mashirahamwe yoba aterera mu gihugu,uwo aserukira ishirahamwe CAPES + avuga ko vyiza aruko amashirahamwe yofasha ariko yerekana ko igihugu cigenga atari gufasha batanga amategeko. Hamza Venant BURIKUKIYE yavuze ati :“Harugufasha utega imitego.” Uwo yaserukiye ayo mashirahamwe murico kiganiro asaba reta kwama ikwirikiranira hafi imfashanyo canke ibikorwa vy’amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike hamwe nuko inzego zayo ameze kuko mu myaka iheze vyibonekeje ko hariho ibituma hadurumbanywa umutekano.
Umukuru w’igihugu yakoranije inama nshikiranganji 
Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yakoranije kuruno wa gatatu igenekerezo rya 3 Ndamukiza umwaka wa 2019 inama nshikiranganji aho hitezwe kwigwa integuro z’amabwirizwa 5 imwe murizo akaba ari integuro ijanye n’amafaranga Reta y’Uburundi izokoresha umwaka wa 2019 ushira umwaka wa 2020. Izindi nteguro z’amategeko ziri ku rutonde rw’ivyigwa niyo nama nshikiranganji n’integuro y’ibwirizwa iraba igisata c’igendereza hamwe n’integuro y’ibwirizwa igenga amategeko ngenderwako agenga abakozi bo mu gisata c’igendereza. Kururwo rutonde rw’ivyigwa harimwo kandi integuro y’ibwirizwa igenga n’ivyo gusuzuma imodoka “Controle technique” hamwe no gutanga uruhusha rwo kugendesha imodoka “Octroi du permis de conduire” hamwe n’utuntu n’utundi.
Inama nshingamateka yuguruye ibikorwa vy’isasa rya Ndamukiza 2019
Inama nshingamateka y’Uburundi yuguruye kuruno wa mbere igenekerezo rya mbere Ndamukiza umwaka wa 2019 ibikorwa bisanzwe vy’isasa vy’ukwezi kwa Ndamukiza 2019 aho integuro z’amabwirizwa 9 arizo zitegekanijwe kuzokwirwa murico kiringo c’isasa. Zimwe mu nteguro z’amabwirizwa zizokwirwa ni nk’integuro y’ibwirizwa ijanye n’ivy’imiti,amazu adandaza imiti,abakora umwuga wo kuvura amaso,integuro y’itegeko igenga ishirwaho rya komine Buhayira hamwe no kwerekana aho komine Murwi igera hamwe n’integuro y’itegeko ijanye n’ivy’igitoro. Izindi nteguro z’amabwirizwa zizokwirwa n’iyijanye n’iyijanye n’itegeko rigenga amatora,integuro y’itegeko ijanye no kunagura umwimbu mu bijanye n’uburimyi,integuro y’itegeko ijanye n’urwego rukuru rw’ubutungane hamwe n’irijanye n’urweko rukuru rw’amaparake. Mu gihe himirije amatora yo mu mwaka wa 2020,umukuru w’inama nshingamateka Pascal NYABENDA asaba abanyagihugu kutaha agaciro ibihuha naho abajejwe intwaro abasaba kwama bagavye kuko  mu gihe c’amatora hama hibonekeza imyifato yo kudurumbanya umutekano. Uwo mukuru w’inama nshingamateka asaba kandi abanyeporitike bazoja mu matora y’umwaka wa 2020 kuba barategekanya imigambi bazokorera abanyagihugu hamwe n’imigambi izotsimbataza amahoro,umutekano hamwe n’imigambi y’iterambere muri rusangi.
Umukuru w’inama nshingamateka Pascal NYABENDA yahaye umubonano umukuru w’inama nshingamateka y’igihugu ca Misiri
Umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA yahaye umubonano kuruno wa gatandatu igenekerezo rya 30 Ntwarante 2019,umukuru w’inama nshingamateka y’igihugu ca Misiri Ali Abdel Aal Sayed bimwe muvyo bavuganye akaba ari ibijanye n’imigenderanire mu bisata bitandukanye hagati y’izo nama nshingamateka zibiri.
Umukuru w’inama nshingamateka Pascal NYABENDA yavuze ko ashima urugendo uwo mukuru w’inama nshingamateka ya Misiri yakoze mu Burundi kuko vyerekana ugushaka kudasanzwe rwo gukomeza imigenderanire hagati y’Uburundi n’igihugu ca Misiri. Pascal NYABENDA yasavye uwo mukuru w’inama nshingamateka ya Misiri gufasha kugira igihugu ciwe gishigikire Uburundi mu gutorera umuti ikibazo co gutahukana abasirikare b’Abarundi bari mu gikorwa co kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ca Somariya. Pascal NYABENDA yavuze ko igikorwa co kugabanya abasirikare bari mu gikorwa co kugarukana amahoro muri Somariya categerezwa gukorwa kuri buri gihugu gifise intego muri Somariya ariko bitakozwe nkuko vyari vyarumvikanywe. Umukuru w’inama nshingamateka w’igihugu ca Misiri Ali Abdel Aal Sayed yavuze ko bazokora ibishoboka kugira basubize agateka abasirikare b’Aburundi kandi ko mu kwezi kuza hagiye kubaho inama izohuza abashikiranganji b’ibihugu bifise abasirikare bari kugarukana amahoro muri AMISOM kugira ico kibazo gitorerwe inyishu nziza. Uwo arongoye inama nshingamateka y’igihugu ca Misiri yavuze ko bagiye kuzotanga ubumenyi ku bashingamateka n’abakenguzamateka b’Uburundi hamwe n’abakozi bo murizo nama nshingamateka na nkenguzamateka vy’Uburundi kugira ubumenyi bwabo bwisununure.
Umukuru w’umurwi CENI arizeza ko amatora ya 2020 azogenda neza
Umukuru w’umurwi ujejwe amatora CENI mu Burundi Pierre Claver KAZIHISE arizeza ko amatora yimirije yo mu mwaka wa 2020 azogenda neza kuko bariko bahamagarira abantu bose amatora araba kugira bavugane bongere bahanehane ivyiyumviro kugira ayo matora azogende neza. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatanu igenekerezo rya 29 Ntwarante umwaka wa 2019,Pierre Claver KAZIHISE yavuze ko mu ntumbero yo gutegura amatora neza ya 2020 umurwi CENI umaze iminsi ugira ibiganiro n’imirwi itandukanye irabwa n’amatora kandi bigiye kubandaniriza mu makomine hamwe no mu ntara kugira abantu benshi bahure n’uwo murwi kugira baganire. Pierre CLAVER KAZIHISE yavuze ati :« Duteguye amatora,tugahamagarira abantu bose yega kandi tukaba dushaka gushikira benshi mu gihugu ni kugirango tuvugane duhanehane ivyiyumviro mu nzira yuko yogenda neza,amatora nayabarundi abarundi bagiye hamwe tukayategurira hamwe ndetse  nico twipfuza ntakabuza amatora yongenda neza. » Kubijanye n’imvugo zikunda gukoreshwa mu gihe c’amatora ,uwo arongoye umurwi CENI avuga ko muvyo bagiye gushimikira mu biganiro vyimirije bazobishimikirako kuko ijambo ryiza uwuribariwe rimurwa neza mu gihe ijambo ribi naryo rikora ibisa naryo. Pierre Claver KAZIHISE yavuze ati : « Ico utipfuza ko bakubarira ntukibarire abandi. » Pierre Claver KAZIHISE  avuga kandi ko hari abantu bamwe bakoresha imvugo mbi batazi ingaruka yavyo kubwivyo  abantu bakwiye kumenya ko imvugo ikomeretsa idakwiye gukoreshwa benshi bakwiye kuyiheba. Uwo arongoye CENI aheraheza avuga ko iyo mu kibano hari imvugo nziza abantu baho batekana amahoro akahaba kubwivyo n’abanyeporitike bakwiye kuyimenyereza kuko ariyo mvugo yubaka.

Umukuru w’inama nshingamateka Pascal NYABENDA yahaye umubonano uwuserukira Turquie mu Burundi
Umukuru w’inama nshingamateka Pascal NYABENDA yahaye umubonano kuruno wakane igenekerezo rya 28 Ntwarante 2019 uwuserukira igihugu ca Turquie mu Burundi Serap Ataay bimwe muvyo baganiye akaba ari ibijanye n’ubutunzi hamwe n’ivy’indero. Umukuru w’inama nshingamateka Pascal NYABENDA yavuze ko imigenderanire hagati y’Uburundi na Turquie  isanzwe ari myiza na cane cane mu bijanye n’ubutunzi hamwe n’indero ariko ubu igiye kwiyongera kubera hagiye kubakwa ubuserukizi bw’ico gihugu mu Burundi. Pascal NYABENDA yavuze ko hasanzwe hari abanyeshure b’abarundi bahawe akaryo ko kuja kwiga murico gihugu kandi hasanzwe hariho ibidandazwa vy’igihugu ca Turquie bihurumbiwe kandi bikundwa cane mu Burundi. Uwuserukira igihugu ca Turquie mu Burundi Serap Ataay yavuze ko ubuserukizi bw’igihugu aserukira bagiye gushinga ubuserukizi bw’igihugu ciwe mu Burundi aho buzotuma imigenderanire hagati y’Uburundi n’igihugu ciwe bitera imbere kandi bikazozana akunguko kaboneka. Serap Ataay yavuze kandi gushinga ubuserukizi mu Burundi bizotuma barushirizaho gutsimbataza imigenderanire isanzwe iriho hagati y’ivyo bihugu bibiri.
Umugambwe RANAC uvuga ko umusi mpuzamakungu wahariwe kugwanya akarenganyo arakaryo ko gushigikira ivyo bikorwa 
Umugambwe RANAC umenyeshako umusi mpuzamakungu wahariwe kugwanya akarenganyo  ari akaryo ko gushigikira ivyo bikorwa bijanye no kugwanya akarenganyo kugira abantu bashobore kuba mw’isi izira akarenganyo. Mu kiganiro umuvugizi w’uwo mugambwe yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kane igenekerezo rya 21 Ntwarante 2019,Georges NIKIZA avuga ko mu gihugu c’Uburundi amahoro yagiye arahungabanywa muri kahise bitumwe n’ibikorwa vyo kwigiza inyuma abandi  mu nzego  bica bituma haba umutekano muke ,ubukene hamwe no kudatera imbere. Georges NIKIZA avuga ko mu gihugu c’Uburundi hariho akarusho kubijanye no kugwanya akarenganyo ariko bihora bishika rimwe rimwe bikibonekeza. Uwo avugira umugambwe RANAC asaba reta y’Uburundi gushira mu ngiro amasezerano mpuzamakungu arwanya ibijanye n’akarenganyo ,gukoresha ibikoresho igihugu gifise mu gukinga ivyo bikorwa ,imirwi nayo ibijejwe igakora igikorwa ijejwe. Umusi mpuzamakungu wahariwe kugwanya akarenganyo wemejwe n’ishirahamwe mpuzamakungu kw’igenekerezo rya 21 Ntwarante 1966 inyuma yaho mu mwaka w’i 1960 abantu 69 bari mu myiyerekano biyamiriza amategeko ya karyanishamiryango hamwe n’ikarata karangamuntu yariko ubwoko i Sharpeville mu gihugu ca Afrika y’Epfo,bishwe barashwe n’igiporisi.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre NKURUNZIZA yakoranije inama nshikiranganji kuruno wa gatatu igenekerezo rya 20 Ntwarante umwaka wa 2019 ibiri k’urutonde rw’ivyigwa hakaba harimwo integuro y’itegeko ijanye n’ishirwaho ry’akarere ku rwego rwa Afrika ku bijanye no guhanahana ibidandazwa. Izindi nteguro z’amabwirizwa ziri kururwo rutonde rw’ivyigwa n’integuro y’ibwirizwa ijanye n’amasezerano hagati ya reta n’abikorera ivyabo,integuro y’itegeko ijanye no gukinga abakoresha  ibijanye n’ubuhinga bwa none,integuro y’itegeko ijanye no gushiraho ikigo kijanye no kurwanya iterabwoba. Kururwo rutonde nyene rw’ivyigwa harimwo integuro y’itegeko isubiramwo ibijanye nivy’ubutare n’agataka ,integuro y’itegeko hagati ya reta ya Misiri hamwe na reta y’Uburundi kubijanye n’ibidukikije hamwe n’utuntu n’utundi.
Urwego CNC ruvuga ko amaradiyo BBC na VOA atatezuriwe kubera yongeye gukora ayandi makosa
Umukuru w’urwego rujejwe gucungera ibimenyeshaakuru mu Burundi Nestor BANKUMUKUNZI avuga ko integuro yo gutezurira iradiyo y’Abongereza BBC hamwe n’ijwi ry’Amerika VOA yari yaheze gutunganywa kugira ishirwe mu ngiro ariko ayo maradiyo uko ari abiri yose yaciye yongera gukora ayandi makosa bituma iyo ngingo ibangirwa.
Ivyo yabishikirije kuruno wa gatanu igenekerezorya 15 Ntwarante 2019 mu kiganiro abavugizi b’inzego z’igihugu bahaye abamenyeshamakuru aho yavuze ko urwego arongoye CNC rutari kwihutira gutezurira ayo maradiyo naho vyari bisa n’ivyaheze mu gihe aguma akora ayandi makosa. Nestor BANKUMUKUNZI yavuze ko ijwi ry’Amerika VOA yagumye ikoresha umumenyeshakuru akwirikiranwa n’ubutungane bw’Uburundi mu bijanye no kugira uruhara mw’itembagaza ry’ubutegetsi mu mwaka wa 2015,iradiyo BBC nayo yaciye yerekana ireresi y’ikinyoma ijanye n’abantu bishwe n’inzego z’umutekano mu Kinindo ndetse berekana n’amaraso ajanye navyo ariko aseseka mu muvo kandi vyari irementanya. Uwo arongoye CNC avuga ko vyari kuba ngombwa ko hafatwa ibindi bihano mu gishingo co gushira mu ngiro integuzo yo kuzitezurira bimaze kwibonekeza ko hari  amakosa yongeye gukorwa
Kefa NIBIZI avuga ko ata banywanyi b’umugambwe arongoye biyunze na Sahwanya FRODEBU
Umugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye umenyeshako ata munywanyi numwe w’uwo mugambwe yiyunze n’umugambwe Sahwanya FRODEBU kuko baherutse kwakirwa muri Sahwanya FRODEBU bagizwe n’abirukanywe mu mugambwe arongoye hamwe n’abanywanyi ba CNARED.
Mu kiganiro umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa mbere igenekerezo rya 11 Ntwarante 2019,Kefa NIBIZI avuga ko abarongozi bose b’umugambwe arongoye bari ku kivi kandi batarota bahemuka kw’iragi ry’incungu ya demokarasi mu kwinjira muyindi migambwe. Kefa NIBIZI yavuze ati : « Abantu bitwaje ibendera ry’umugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye basaba kwinjira mu mugambwe Sahwanya FRODEBU n’abirukanywe mu mugambwe wacu hamwe n’abanywanyi ba CNARED. » Kubijanye n’uko uwo mugambwe ushobora kwiyunga na Sahwanya FRODEBU,Kefa NIBIZI avuga ko ico ciyumviro ata kiriho kuko hariho vyinshi batumvikanako. Uwo mukuru wa Sahwanya Frodebu Nyakuri Iragi rya Ndadaye avuga ko bagiye kwitwarira mu butungane abantu bose bakoresha izina ry’uwo mugambwe hamwe n’ibimenyetso ryawo bashaka gushika ku nyungu zabo. Kefa NIBIZI  asaba abanywanyi b’umugambwe wiwe kubeshuza ico kinyoma  kuko kigamije kuburagiza abanyamugambwe ba Sahwanya Frodebu Nyakuri Iragi rya Ndadaye.
Edouard NDUWIMANA asaba abarongoye amashengero gushigikira umugambi w’iterambere w’igihugu  no gufasha gutsimbataza amahoro
Umuhuza w’Abarundi Edouard NDUWIMANA  asaba abarongoye amashengero atandukanye gushigikira umugambi w’iterambere w’igihugu 2018 ushira 2027 hamwe no guhimiriza abayoboke babo kugira batsimbataze amahoro hamwe n’umutekano.
Ivyo yabishikirije  mu nama yo guhanahana ivyiyumviro yamuhuje n’abarongozi b’amashengero atandukanye kuruno wa kane igenekerezo rya 7 Ntwarante 2019 kubijanye n’akamaro k’amashengero hamwe no ku rwego rw’umuhuza mu gutsimbataza amahoro,umutekano hamwe n’umubano mwiza. Umuhuza w’Abarundi Edouard NDUWIMANA  amenyeshako abarongozi b’amashengero bari mu bantu bambere baharanira amahoro kandi babwirizwa gufasha mu kuyatsimbataza biciye mu gukunda igihugu hamwe no kubera akarorero abandi kuko amajwi yabo ashika kure. Muriyo nama Edoaurd NDUWIMANA yavuze ko iyo nama yatunganijwe nk’izindi nama zihora zitunganywa mu gihugu cose n’urwego arongoye mu bijanye n’iterambere,intwaro ibereye,intwaro rusangi hamwe no gutsimbataza amahoro n’umutekano.
PARCEM yatanguje isekeza yise « Ukuri ku biduhanze »
Ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro PARCEM ryatanguje isekeza ryiswe « Ukuri ku biduhanze » rijanye no kumenyesha abanyeporitike batandukanye kubijanye n’ibihanze igihugu c’Uburundi kugira bibafashe gutegura imigambi myiza ishobora gutorera umuti ingorane z’abanyagihugu. Mu kiganiro umukuru w’ishirahamwe PARCEM yahaye abamenyeshamakuru ,Faustin NDIKUMANA yavuze ko abanyagihugu mu gihugu babwirizwa kumenya ibibazo nyamukuru bihanze Uburundi mu ntumbero yo gufasha kudasamazwa n’ibidakenewe vyotuma bibagira ibibazo bikuru bikuru bibahanze. Uwo kubikora bakazokwisunga ivyegeranyo bihora bishikirizwa.
Faustin NDIKUMANA avuga ko bakeneye ko mu gihugu hasubira kubaho abantu bijunja n’ijambo kandi abantu bakwiye kwama bazirikana yuko abarundi bonyene aribo bazotorera inyishu ibibabazo bibahanze atari amakungu. Muri PARCEM bavuga ko abarundi ubwabo babwirizwa kwemera ko bafise ingorane kuko ariyo nzira yo gutorera umuti ibibazo biba bihari. Faustin NDIKUMANA yavuze murico gikorwa batanguje ko bazoshikiriza uko ibintu vyifashe nko mu gisata ca poritike,igisata c’ubutunzi,ibijanye n’imibano ibijanye n’agateka ka zina muntu kandi ivyo mu kubikora bakazokwisunga ivyegeranyo bishikirizwa.

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yakoranije inama nshikiranganji kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2019 k’urutonde rw’ivyigwa hakaba harimwo integuro y’itegeko y’ibwirizwa ijanye na poritike y’igihugu ijejwe kwegereza ubutegetsi abanyagihugu.
Izindi nteguro ziri k’urutonde rw ‘ivyigwa n’iyo nama nshikiranganji ni nk’integuro  isubiramwo ibwirizwa rijejwe gutunganya ikibazo c’abahejeje ishure nshingiro ,integuro y’itegeko ijanye n’urwego rukuru rw’abacamanza,integuro y’itegeko ijanye n’urwego rukuru rw’abashikirizamanza. Kururwo rutonde rw’ivyigwa niyo nama nshikiranganji harirwa kandi integuro isubiramwo ibwirizwa rijanye n’amasezerano hagati ya reta y’Uburundi hamwe n’ikigega mpuzamakungu kijejwe iterambere ry’uburimyi kubijanye no kunagura ico gisata,kugabanya ubukene hamwe n’utuntu n’utundi.
Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yahaye umubonano Umukuru w’igihugu ca Somariya 
Umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre NKURUNZIZA yahaye umubonano kuruno wa kabiri igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2019 umukuru w’igihugu ca  Somariya Mohamed Abdullahi muvyo baganiriye hakaba harimwo ibijanye n’imigenderanire muvy’ubutunzi hagati y’ivyo bihugu bibiri. Umukuru w’igihugu  ca Somariya Mohamed Abdullahi Mohamed yashimiye umukuru w’igihugu c’Uburundi mu gikorwa ingabo z’Uburundi zikora zijanye no kwitanga mu kugarukana amahoro murico gihugu ca Somariya. Umukuru w’igihugu wa Somariya Mohamed Abdullahi Mohamed yashitse mu gihugu c’uburundi kuruyu wa mbere igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2019 akaba yasubiye inyuma k’umutaga wo kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2019.

Umukuru w’igihugu ca Somariya Mohamed Abdullahi Mohamed ari mu rugendo mu Burundi
Umukuru w’igihugu ca Somariya Mohamed Abdullahi Mohamed ari mu rugendo mu gihugu c’Uburundi kuva kuruno wa mbere igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2019 akaba yakiriwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre NKURUNZIZA. Uwo mukuru w’igihugu ca Somariya Mohamed Abdullahi Mohamed
ashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura yakiriwe n’abategetsi batandukanye bagize Reta y’Uburundi harimwo nabo mu nzego z’umutekano. Bitegekanijwe ko umubonano hagati yabo bakuru b’ibihugu babiri uzoba mu gatondo ko kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2019 aho kuruyo musi nyene igihe c’amasaha y’umutaga uwo mukuru w’igihugu ca Somariya azoca asubira mu gihugu ciwe.
Umugambwe mushasha CNL wa Agathon RWASA wemewe
Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwemereye umugambwe CNL (Congrès National pour la Liberté) mushasha w’umushingamateka Agathon RWASA asanzwe ari icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka.
Itegeko nshikiranganji inomero 530/237 ryo kw’igenekerezo rya 14 Ruhuhuma umwaka wa 2019 rivuga ko umugambwe CNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA wemerewe gukorera mu gihugu. Uwo mugambwe CNL wemewe inyuma yaho Agathon RWASA yaheruka kwankirwa n’ubwo bushikiranganji ko umugambwe witwa FNL(Front National pour la Liberté) yari yasavye ko wemererwa warufise ibimenyetso bisa n’ivy’uwundi mugambwe acasabwa ko yohindura agasaba gushasha kwemererwa.
Pierre BUYOYA  yatangajwe n’ivyo abaserukiye reta y’Uburundi bashikirije mu nama igira ya 32 y’abakuru b’ibihugu vy’ubumwe bw’Afrika
Uwahoze arongoye igihugu c’Uburundi Pierre BUYOYA amenyeshako yatangajwe n’ivyo abaserukiye reta y’Uburundi bashikirije mu nama igira ya 32 y’abakuru b’ibihugu vy’ubumwe bw’Afrika ijanye n’umutahe mpuzamakungu wo kumufata.
Mw’itangazo Pierre BUYOYA yasohoye ,avuga ko yihweje ivyo vyakozwe n’abaserukiye Reta y’Uburundi i Addis Abbeba vyerekana ukutamenya amategeko ajanye n’uko ibikorwa birangurwa mu muryango w’ubumwe bwa Afrika hamwe n’ingendo yo kurengera abaserukira hamwe n’abarongoye ibihugu vya Afrika. Uwo yahoze arongoye Uburundi avuga kandi ko iyo ngendo y’abarongozi b’Uburundi kuvyerekeye igandagurwa ry’umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE yerekana kandi yuko ugutorera umuti ico kibazo bifise intumbero ya poritike ata ntumbero y’ubutungane irinwo. Muri ryo tangazo Pierre BUYOYA avuga ko iyo myifato yerekana guhonyanga amasezerano ya Arusha kubijanye n’amahoro hamwe no gusubiza hamwe mu Burundi yatumye agerageza kuzana amahoro n’umutekano mu  gihugu  kandi ayo masezerano atomora neza uko imanza zizocibwa kubijanye n’ivyabaye mu Burundi kuva buronse intahe yo kwikukira gushika amasezarano ateweko umukono zizoshirwa mu murwi ujejwe gutohoza ukuri no kunywanisha Abarundi.

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA avuga ko ubumwe bw’abarundi bwamyeho kuva ku ntwaro ya cami
Umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre NKURUNZIZA amenyeshako ubumwe bw’abarundi bwamyeho kuva Uburundi bukiremwa kandi no ku ntwaro ya cami bwamenyeho  mu gihugu ariko mu gihe c’abakoroni ariho bwaciye buhungabana bamaze kuvangura abarundi.
Ivyo yabishikirije kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 5 Ruhuhuma umwaka wa 2019 i Gitega ku murwa mukuru wa poritike w’Uburundi aho hibukwa imyaka 28 iheze hatangujwe amasezerano y’ubumwe bw’abarundi. Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yavuze ko ubumwe bw’abarundi bwasambuwe n’abakoroni kuko aribo babivye amacakubiri hagati y’abarundi ariko iciza aruko gushika ubu igikuru aruko abarundi babitahuye.  Umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre NKURUNZIZA yasavye ko ubumwe bwogaragarira mu bikorwa amajambo akaja k’uruhande. Ivyo birori vyo kwibuka imyaka 28 iheze hatangujwe amasezerano y’abarundi vyatangujwe no gushira ingori z’amashurwe ku cibutso c’ubumwe bw’abarundi co mu ntara ya Gitega,bamwe mubari bitavye ivyo birori akaba ari abashingamateka batandukanye,abakenguzamateka,abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abaserukira amashengero hamwe n’amashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike, abasirikare bakuru hamwe n’intwazangabo mu giporisi.
CP Serges NTAKAVURA : “Amasaka suzumwa 1586 niyo yakozwe mu gihugu cose mu gice ca kabiri giheze.”
Ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza bumenyeshako mu gice ca kabiri c’umwaka wa 2018 ushira uwa 2019 hakozwe amasaka suzuma angana 3685 mu gihugu cose aho inkozi z’ikibi 1586 zafashwe imirwi  57 y’inkozi z’ikibi zirasamburwa murico kiringo. Mu kiganiro umwunganirizi w’ubwo bushikiranganji yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa mbere igenekerezo rya 4 Ruhuhuma 2019 ariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu gice ca kabiri c’umwaka wa 2018 ushira 2019, CP Serges NTAKAVURA yavuze ko murico kiringo hafashwe inkoho 16 zo mu bwoko bwa kalachinkov,inkoho 2 zo mu bwoko bw Fal,pisitore 4,inkoho yo mu bwoko bwa mugobore hamwe n’ibisasu ntezwantoke 92 vyashoboye gufatwa. CP Serges NTAKAVURA yavuze ko mu ntumbero yo kugwanya ubugizi bwa nabi iruhande y’ibigwanisho vyafashwe hashoboye gufatwa ibiro 4805 vy’uduti vy’urumogi,imbuto 25018 z’urumogi zirarandurwa hamwe n’iritiro zingana 60.379.127 z’inzoga zitemewe n’amategeko zasheshwe. Uwo mwunganirizi w’umushikiranganji w’umutekano hamwe no kugwanya ibiza avuga kandi ko amasanganya yo mu mabarabara yagabanutse murico kiringo kuko ayibonekeje angana 1054 mu gihe mu gice ca mbere c’uwo mwaka nyene wa 2018 ushira 2019 amasanganya yashitse 1425. Kubijanye n’ibisasu ntezwantoki biterwa hirya no hino mu gihugu,CP Serges NTAKAVURA avuga ko igiporisi c’Uburundi gikora ibikenewe kugira kirwanye ako kabi kandi ababikora benshi bafatwa ,naho kubijanye n’abakorera mu mashirahamwe ajejwe gucungera “Societe de gardienage” bacambara ibikoresho vya gisirikare abatera akamo kubitanga kugira ntibazohanwe n’amategeko abijejwe.
Martin NIVYABANDI : “Umwana ari mw’ibarabara si ruhebwa akwiye gukurwayo.” 
Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu,imibano hamwe n’iterambere ridakumira Martin NIVYABANDI amenyeshako abana bo mw’ibarabara atari ruhebwa bikwiye ko bakurwayo bakaja mu bandi kuko bashobora gukura bakemera neza. Ivyo yashikirije kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2019 mu nama yatunganije n’ubwo bushikiranganji mu ntumbero yo kurabira hamwe ivyaranguwe nabwo mu gice ca mbere c’umwaka wa 2018 ushira umwaka wa 2019. Muriyo nama umushikiranganji Martin NIVYABANDI yasavye abakozi babwo kutunganiriza abantu babitura hamwe no kuba akarorero mu bikorwa bajejwe kugira umwimbu uzogende neza. Uwo mushikiranganji yaboneyo kandi akaryo ko guha udushimwe abana 7 babaye mu bambere mu mashure bigamwo inyuma yaho bakuwe mw’ibarabara bagasubizwa mu mihana yabo,yongera aha udushimwe  kandi bamwe mu bakozi b’ubwo bushikiranganji bakoze neza mu mwaka uheze. Martin NIVYABANDI yamenyesheje ko ico gikorwa co gushimira abo bana ari ikimenyetso cerekana ko abana bakuwe mw’ibarabara bagashirwa mu miryango bashobora kugira kazoza gusumba aho ku bashira mu bigo vyobakira. Ubushikiranganji bw’agateka ka zina muntu imibano hamwe n’iterambere ridakumira bwaronse amanota angana 98 n ;ibice 3 kw’ijana mw’irangurwa ry’ibikorwa mu gice ca mbere c’umwaka wa 2018 ushira umwaka wa 2019.
Pierre Claver NDAYICARIYE asaba abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi gushigikira CVR
Umukuru w’umurwi ujejwe gutohoza ukuri no kunywanisha abarundi CVR ,Pierre Claver NDAYICARIYE asaba abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu gihugu gushigikire uwo murwi mu buhinga,uburyo hamwe no mu kuwuronsa abahinga kuko arumurwi uhambaye urondera ukuri kuzofasha kubaka Uburundi. Ivyo yabishikije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma y’inama yahuje umurwi CVR hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi n’amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu gihugu. Pierre Claver NDAYICARIYE yavuze ko batunganije iyo nama kugira babamenyeshe ubutumwa umurwi CVR ushinzwe,amategeko hamwe n’amabwirizwa awugenga kugira bazobashigikire muruwo murimo. Uwo arongoye umurwi CVR avuga ko basavye ibihugu bifise ivyandiko vya kahise k’igihugu c’Uburundi kuzobibaronsa niyo babibasaba kugira bifashe kumenya mu vyabaye mu Burundi hamwe no kwandika kahise k’igihugu c’Uburundi. Pierre Claver asaba abo baserukira ibihugu vyabo mu Burundi n’amashirahamwe mpuzamakungu kwama baba hafi y’Uburundi no kuwushigikira kuko bakoze ico gikorwa bazoba bashigikiye amahoro mu Burundi ,mu karere,muri Afrika eka no kw’isi yose.
Video : Pierre Claver NDAYICARIYE :“Ukuri kurakiza naho gushobora gutera ubwoba bamwe.” 
Umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe ukuri no kunywanisha abarundi CVR,Pierre Claver NDAYICARIYE amenyeshako umugambi wo kumenya ukuri no kunywanisha uhambaye cane kuko ukuri gukiza naho ukuri kuvyabaye gushobora gutera ubwoba bamwe. Ivyo yabishikirije mu nama yatunganije n’umurwi CVR kuruno wa kabiri igenekerezo rya 29 Nzero 2019 ijanye no guhanahana ivyiyumviro hagati y’abarongoye inzego zitandukanye za reta,abashingamateka,abakenguzamateka,abo mu nzego zijejwe umutekano,abo mu migambwe,abarongoye amadini,abo mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike hamwe n’abajejwe ibimenyeshamakuru ku bikorwa uwo murwi ujejwe kubijanye n’ibikorwa vy’uwo murwi. Mw’ijambo ryiwe ryo kugurura ivyo bikorwa, umukuru w’umurwi CVR Pierre Claver NDAYICARIYE yavuze ko uwo murwi atari urwego rw’ubutungane ariko washinzwe kugira utohoze ukuri ku bibi vyashikiye Uburundi kandi ukwo kuri kuronderwa kuzova mu Barundi bafise ivyo babonye canke ivyabashikiye aho baba. Pierre Claver NDAYICARIYE yasavye abitavye iyo nama gufasha gutanga umuco ukwiye kuko kazoza k’igihugu gahagaze ku mugambi wo kunywanisha abarundi,abarundi bazi ivyabye,abarundi basabane ikigongwe,bashobore kumenya aho ababo bahambwe mu kivunga. Uwo arongoye CVR asaba abarundi kugurura imitima yabo,bakunde ukuri,bavuge ukuri,bavomere ukuri mu gutegura kazoza k’uruvyaro rw’Uburundi. Pierre Claver NDAYICARIYE yaheraheje avuga ko mu gihe ukuri kuzira inzigo n’ishari bizosohoka mu Barundi,igihugu c’Uburundi kizoba cogoroye.
Video : Uwuserukira  HCR mu Burundi avuga ko ata mpuzu za gisirikare zatanzwe mu makambi muri Tanzaniya
Umukuru w’ishirahamwe rijejwe impunzi HCR mu gihugu c’Uburundi Gogo HUKPORTIE amenyeshako ata mpuzu za gisirikare zigezwe zitangwa mu makambi y’impunzi z’abarundi ziri mu gihugu ca Tanzaniya kandi amatangazo ajanye navyo yarashikirijwe. Mu Kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatanu igenekerezo rya 25 Nzero 2019,uwo aserukira HCR mu Burundi Gogo HUKPORTIE avuga ko baronse imfashanyo y’impunzu zingana umuriyoni 1,8 zigenewe gutanga ku mpunzi  murizo basanzemwo impuzu nke zifise amabara nki za gisirikare ariko zaciye zikurwa mu zindi zica zishikirizwa abajejwe intwaro muri Tanzaniya mu bice vyegereye aho ayo makambi ari. Gogo HUKPORTIE avuga ko ubu igihigu ca Tanzaniya kiriko gikora amatohoza kuvyerekeye ico kibazo kandi ibifitiye uburenganzira ubu barindiriye ikizovamwo. Uwo aserukira HCR mu Burundi atera akamo impunzi z’abarundi guhitamwo ico bipfuza kubushake bwabo HCR ubwayo izobandanya ibafasha kuco bahisemwo haba gutahuka mu gihugu canke bafashe iyindi ngingo.
Amashirahamwe mpuzamakungu yongewe ikiringo kugira yitunganye
Amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu Burundi yongewe ikiringo c’ukwezi kumwe hamwe n’igice kugira abandanye yitunganya mu kwisunga itegeko rishasha riyagenga nk’uko vyasabwe n’inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano. Mw’itangazo ry’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu rivuga ko amashirahamwe atari bwaje kwiyandikisha kugira yisunge ingingo yafashwe n’inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano yongewe ikiringo c’ukwezi n’inusu uhereye kw’igenekerezo rya 31 Kigarama umwaka wa 2018. Iryo tangazo rivuga ko ico kiringo congewe gushika kw’igenekerezo rya 15 ukwezi kwa Ruhuhuma uyu umwaka wa 2019.
Urunani CODIP rusaba Reta kwongereza inguvu mu vy’umutekano
Inyuma yaho hafashwe imyambaro ya gisirikare mu makambi y’impunzi ya Mtendedeli hamwe na Nduta mu gihugu ca Tanzaniya, Urunani rw’amashirahamwe CODIP rusaba reta y’Uburundi kwama igavye no kwongereza inguvu mu bijanye n’umutekano. Mw’itangazo umukuru w’urunani CODIP yashize ahabona kw’igenekerezo rya 21 Nzero 2019,Deo HABONIMANA avuga ko batangajwe bumvise ko hari imyambaro ya gisirikare yagira itangwe ku mpunzi za Mtendeli hamwe na Nduta nk’imfashanyo. Deo HABONIMANA avuga ko inyuma y’ico gikorwa hari hinyegeje igikorwa kijanye no kudurumbanya umutekano kuko n’intara izo nkambi zisanzwe zirimwo itari kure cane n’igihugu c’Uburundi. Uwo arongoye CODIP avuga ko bashimira Reta ya Tanzaniya yafashe ingingo yo kwiyamiriza ico gikorwa yongera kandi ifata ingingo yo kwirukana abakuru b’izo nkambi mu mabanga yabo. CODIP iheraheza isaba ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi kw’isi HCR gukora yisunze amasezerano mpuzamakungu hamwe no kwama yibuka aho igeza mu bikorwa vyayo.
Nyanza -Lac :Musitanteri asaba imigambwe ikorera muriyo komine kudakorera mu mazu bakose
Musitanteri wa komine Nyanza lac Jean Claude NDUWIMANA asaba abarongoye imigambwe bose bipfuza kugurura ingoro z’imigambwe  ku mitumba canke mu mazone ari muriyo komine ko basabwa kugura ibibanza vyabo bwite kugira bubake aho bakorera ibijanye no gukota amazu bakoreramwo bibujijwe. Mw’itangazo musitanteri wa komine Nyanza lac yasohoye kw’igenekerezo rya 15 Nzero umwaka wa 2019,Jean Claude NDUWIMANA avuga ko ata mugambwe ukorera muriyo komine wemerewe gukota aho ukorera eka n’imigambwe isanzwe ikose aho ikorera ayo mazu yugawe. Uwo musitanteri wa komine Nyanza lac avuga kandi ko abakozi b’Imana nabo nyene basabwa kugura ibibanza bubakamwo amasengero yabo abasengera mu nzu z’abantu canke mu mashure bibujijwe.
Isabelle NDAHAYO yemeza k’umuti w’ikibazo c’Uburundi n’Urwanda wova mu nama yihariye
Umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango w’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko Isabelle NDAHAYO amenyeshako igihugu c’Uburundi casavye inama yihariye y’abakuru b’ibihugu vy’uwo muryango kugira hirwe uko hotorerwa umuti w’ikibazo kijanye n’imigenderanire mibi hagati y’Uburundi n’Urwanda. Mu kiganiro uwo mushikiranganji yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kane igenekerezo rya 17 Nzero 2019 ariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu gice c’amezi 6 ya mbere y’umwaka wa 2018 ushira 2019,Isabelle NDAHAYO yavuze ko atari ikinyegezwa igihugu c’Urwanda kidurumbanya umutekano w’igihugu c’Uburundi arico gituma bama basavye ko umuti w’ico kibazo wotorwa. Isabelle NDAHAYO yavuze ati :« Ivyo sagaseseshwarumuri Urwanda ruradurumbanya igihugu c’Uburundi,kubivugwa ko  Uburundi budurumbanya Urwanda ivyo sivyo kuko haraje umurwi ubijejwe urabona ko Uburundi butadurumbanya Urwanda ,ariko igitanganje nuko Urwanda rwanse yuko uwo murwi uja murico gihugu. » Kubijanye n’umugambi wo kwitegurira gukoresha ifaranga rimwe mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko, Isabelle NDAHAYO avuga ko mu Burundi habaye inama y’aberwa nico kibazo hongera harashirwaho urupapuro rw’inzira kugira babandanye uwo mugambi ata nkeka Uburundi butazosigara inyuma. Uwo mushikiranganji yavuze kandi ko igihugu c’Uburundi citeguriye kwitaba inama igira ya 20 izohuza abakuru b’ibihugu b’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko izoba mu kwezi kuza kwa Ruhuhuma 2019 i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya.
Inama nshingamateka yemeje itegeko rigenga gushinga intara ya Gitega kuba umurwa mukuru wa poritike
Inama nshingamateka yize yongera iremeza kuruno wa gatatu igenekerezo rya 16 Nzero 2019 integuro y’itegeko igenga  kugira intara ya Gitega  kuba umurwa mukuru wa poritike w’igihugu c’Uburundi. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yarigusigurira abashingamateka imvo n’imvano y’iryo tegeko,Pascal BARANDAGIYE yavuze ko iryo tegeko ryemejwe rizofasha mu bijanye no guteza imbere ubutunzi n’imibano kubw’ivyo bikenewe ko umurwa mukuru wa poritike hamwe n’uwubutunzi bitandukana. Bimwe mu bibazo vyabajijwe n’abashingamateka n’amakenga kubijanye n’inyubako za Reta zitariho i Gitega,ikibazo c’imiryango izoduga gukorera muriyo ntara bigatuma bamwe muribo baba i Bujumbura abandi baba i Gitega hamwe n’uburyo bwo kwiyunguruza mu gihe ata modoka zitwara zunguruza abantu hagati murico gisagara zihari. Umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE yishuye ko vyose vyateguwe bizokorwa buke buke k’urutonde kandi reta yategekanije ikiringo c’imyaka 3 kugira vyose bishirwe mu ngiro,ibijanye n’inyubako naho uwo mushiiranganji yavuze ko umurwi ubijejwe wamaze gushirwaho kandi uriko uriga inyubako zose zikenewe. Kubijanye n’imiryango izoduga kuba muriyo ntara,uwo mushikiranganji avuga ko umukozi wese wa reta iyo asinye amasezerano y’akazi nayo ,ahantu hariho hose reta ishaka kumushira kubw’akazi abwirizwa kuvyemera. Inyuma yo guca hirya no hino iryo tegeko ryaciye ryemezwa ku majwi 108 hamwe n’ijwi rimwe ritayemeje.
Prosper NTAHORWAMIYE : « Ikibanza c’abatembagaje ubutegetsi kiri mu butungane ntikiri ku meza y’ibiganiro. »
Reta y’Uburundi imenyeshako ikibanza c’abatembagaje ubutegetsi kiri mu butungane atabwo kiri ku meza y’ibiganiro kuko kuganira n’abashatse gutembagaza ubutegetsi gusa no kugarukana intwaro zigikenye hamwe no kunigira mu menshi ishaka ry’abanyagihugu. Ivyo vyashikirijwe mw’itangazo ryasohowe na reta y’Uburundi ibicishije ku munyamabanga mukuru wayo akaba n’umuvugizi wayo Prosper NTAHORWAMIYE inyuma yaho imirwi n’amashirahamwe atandukanye ashikirije aho ahagaze kubijanye n’amakete umukuru w’igihugu w’Uburundi yandikiranye n’umukuru w’igihugu ca Uganda. Muriryo tangazo ,Prosper NTAHORWAMIYE avuga ko intwaro rusangi yamaze gusasagara mu gihugu kandi itagisubira inyuma  inzego za reta zatowe n’abanyagihugu zitazokwigera  ziganira na rimwe n’abashatse gutembagaza ubutegetsi. Kubijanye n’ikibazo hagati y’Uburundi n’Urwanda,iryo tangazo rivuga ko ico kibazo categerezwa gufatwa mu minwe n’umuryango wa Afrika w’Ubuseruko hisunzwe amasezereno agenga ibihugu bibanyi vy’umuryango wa Afrika w’Ubuseruko kuko gutorera umuti ico kibazo vyofasha ibikorwa vy’uwo muryango kugenda neza. Uwo munyamabanga mukuru wa Reta akaba n’umuvugizi wayo arangiza asaba ibihugu bifitaniye ubucuti hamwe n’ibindi abashatse gutembagaza ubutegetsi batsemwo indaro kubafata bikabashikiriza ubutungane bw’Uburundi kugira bubacire urubanza
Umugambwe FNL usaba ko haba ibiganiro vyotorera umuti ikibazo c’Uburundi n’Urwanda
Umukuru w’umugambwe FNL (Front Nationale de Libération) asaba ko hoba ibiganiro hagati y ‘umukuru w’igihugu c’Uburundi hamwe na mugenzi we atwara igihugu c’Urwanda Paul KAGAME kugira imigenderanire hagati y’ivyo bihugu uko ari bibiri ishobore kumera neza gutyo bigafasha kwirinda indyane zo kwaduka mu karere. Imigenderanire hagati y’Urwanda n’Uburundi ntabwo ari myiza,umurwi w’Urwanda wiyita ko uharanira kugarukira intwaro rusangi (MRCD :Mouvement Rwandais pour le changement démocratique) uvuga ko ufise igisirikare kugira ukure ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu c’Urwanda aho ico gihugu cagiriza ko hari abasirikare bavogera igihugu kikagiriza Uburundi  gushigikira abo bagwanyi,ivyo bishobora gutuma imigenderanire gushika ubu itameze neza ishobora gutituka gusumba. Kubijanye n’ivyo, umugambwe FNL wibaza uwokunguka mu gihe hokwaduka intambara hagati y’Uburundi n’Urwanda,hamwe n’ingaruka mbi zohaba,Kubwa Jacques BIGIRIMANA atwara umugambwe FNL avuga ko ata murundi canke umunyarwanda yohakura inyungu. Kubijanye no gukinga indyane zokwaduka mu karere, Jacques BIGIRIMANA avuga ati : « Nimba twese twohahombera,kuberiki twokwishira mu bintu biduhombesha ? kandi hariho inzira zidushikana ku nyungu ? Ivyo bituma twiyumvira vyukuri kubiganiro hagati y’ivyo bihugu bibiri . » Jacques BIGIRIMANA abandanya avuga ko mu gihe ubu ivyo bihugu biri mu muryango umwe w’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko buca hashirwaho amafaranga amwe ,urupapuro rw’inzira rumwe ,iryo tituka ry’imigenderanire rishobora gutuma ivyo vyoza bisubira itoto. Uwo arongoye umugambwe FNL avuga ko ata muntu numwe akwiye kubaho yoja hagati yabo bakuru b’ibihugu babiri kuko bose bavuga ururimi rumwe kandi bazinanyi cane gose gusumba uwundi muntu wese yoja hagati yabo kandi uko ari babiri bose bakwiye kwibuka ko umusi kanaka imigenderanire hagati y’Uburundi n’urwanda izotena ikamera neza. Jacques BIGIRIMANA avuga ko yibuka yuko mu mwaka wa 2010 aho umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yimikwa ,umukuru w’igihugu c’Urwanda wenyene ariwe mukuru w’igihugu gusa yashitse i Burundi kugira ashigikire mugenzi we ,ivyo vyabaye ikimenyetso ciza ,ivyo bica bitanga umwizero yuko umusi n’umusi imigenderanire myiza hagati y’abo bategetsi babiri izomera neza. Mu ntumbero yo kubungabunga iyo migenderanire,Jacques BIGIRIMANA asaba abanyarwanda k’uruhande rwabo gutanga ubutumwa nk’ubwo atanze k’umukuru w’igihugu ,nabo babikore uko k’umukuru w’igihugu wabo,bubahuke kumubwira ko ingwano hagati y’Uburundi n’Urwanda yotuma hononekera vyinshi kandi abanyagihugu b’ivyo bihugu bose bomererwa nabi bikomeye,kubw’ivyo umukuru w’igihugu c’urwanda akunda Urwanda n’abanyarwanda yobategera agaheza agashira mu ngiro ivyo abanyagihugu biwe bamusavye. Uwutwara ishirahamwe ry’ubumwe hamwe no gukinga ibidukikije (Association pour la Solidarité Patriotique et la Protection de l’Environnement), Sébastien Misago avuga  ko amakuru bafise ava mu giporisi  mu bajejwe intwaro hamwe n’abanyagihugu begereye urubibe rw’Urwanda ,yemeza yuko Uburundi ata ruhara na rumwe rufise mu bitero bibera mu gihugu c’Urwanda aho ashikiriza yuko nimba Urwanda rwagiriza Uburundi gufasha abatera Urwanda ari icitwazo kugira Urwanda rwinjire mu Burundi gukwirikirana abo bagwanyi kandi ari ikinyoma.

Imigambwe imwe isaba kw’ingwati yo kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ishirwa ku miriyoni 15
Bamwe mu baserukira imigambwe yemewe n’amategeko mu Burundi basaba ko ingwati yotangwa n’uwushaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu yoshirwa ku miriyoni 15 y’amafaranga y’amarundi igakurwa ku mafaranga imiriyoni 50 nkuko biri mu nteguro y’ibwirizwa rigenga amatora inomero 01/20 ryo kw’igenekerezo rya 3 Ruheshi umwaka wa 2014. Ivyo vyashikirijwe mu nama yatunganijwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu hamwe n’abaserukira imigambwe yemewe mu Burundi kugira batange ivyiyumviro kubijanye n’integuro y’itegeko rigenga amatora. Iruhande n’ibijanye n’ingwati yotangwa n’uwushaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu abo baserukira imigambwe mu gihugu bize n’ibijanye ibibanza vyohabwa abigenga batashikanye 40 kw’ijana mu matora,ibibabanza vyohabwa imigambwe itashikanye ibice 2 kw’ijana hamwe n’ibijanye nuko inama ya komine yoshingwa. Iyo nama yahuje ubushikirangani bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu hamwe n’imigambwe yemewe mu gihugu yitabwe n’imigambwe 19 ku migambwe 32 yemerewe mu gihugu.
Amashirahamwe 13 adaharanira ivyicaro vya poritike yashikirije aho ahagaze kw’ikete rya Yoweri KAGUTA MUSEVENI
Amashirahamwe 13 adaharanira ivyicaro vya poritike amenyeshako yatangajwe no kubona ibiri mw’ikete umukuru w’igihugu ca Uganda yandikiye umukuru w’igihugu c’Uburundi harimwo ukutavuga ukuri kubijanye na  kahise k’Uburundi kandi atashimye kubona atazi ko mu Burundi amahoro n’umutekano biriho. Mu kiganiro ayo mashirahamwe yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatanu igenekerezo rya 4 Nzero umwaka wa 2018 mu kwerekana aho yahagaze ku makete umukuru w’igihugu ca Uganda n’uw’Uburundi bandikiraniye,Hamza Venant BURIKUKIYE ari mu baserukiye ayo mashirahamwe akaba asanzwe aserukira CAPES +,yavuze ko inyuma yo kwihweza ivyashikirijwe muriryo kete,basanze ririmwo ibintu bimwe bimwe umukuru w’igihugu Yoweri Kaguta MUSEVENI yarengeye akarimbi hamwe no kujaniranya ibi na biriya. Hamza Venant BURIKUKIYE avuga ko badatahura igituma mw’ikete yiwe yanditse atigeze avuga kubijanye n’igandagurwa ry’umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE hamwe n’ayandi mabi yabaye yatumye haduka imirwi iganwa bituma haba n’amasezerano ya Arusha. Hamza Venant BURIKUKIYE avuga ko ibiri mw’ikete ry’umukuru w’igihugu c’Uburundi yandikiye mugenzi we w’Ubuganda yamusaba gufasha kugira ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda gitorerwe umuti kugira imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri igende neza hisunzwe amasezerano mpuzamakungu. Uwo yaserukiye ayo mashirahamwe avuga ko batiyamiriza umuhuza Yoweri Kaguta MUSEVENI ahubwo bamusaba kutagira aho ahengamiye mu gutorera inyishu z’igihugu c’Uburundi. Ayo mashirahamwe yandikiye umukuru w’igihugu ca Uganda amushikiriza umwihwezo wagize kw’ikete yandikiye umukuru w’igihugu c’Uburundi ni PISC-BURUNDI,AVMI26,CAPES+,FOLUCON.F,CASAF,ACOPA-BURUNDI,ABA,AJB,CODIP,Izere NTIWIHEBURE,CAECPD,MAC hamwe na CIPB.
Pierre NKURUNZIZA :« guhindura ivyandiko ku ntatemwa ya RWAGASORE ni kubungabunga amateka y’igihugu. »
Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA amenyeshako ivyandiko biheruka gukurwa ku ntatemwa y’umuganwa Rudoviko RWAGASORE hagashirwako ibindi ari mu ntumbero yo kubungabunga amateka y’igihugu kuko amateka atara y’umuntu ariko aray’igihugu. Ivyo yabivuze mu kiganiro catunganijwe ku musi wa gatanu igenekerezo rya 28 Kigarama umwaka wa 2018,aho yishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru hamwe n’ivy’abanyagihugu k’ubijanye n’ubuzima bwose bw’igihugu,ivyandiko vyasizwe ku ntatemwa y’umuganwa Rudoviko RWAGASORE akaba ari Imana,Umwami,Uburundi mu kibanza cahari handitswe Ubumwe,Ibikorwa,Amajambere. Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yavuze ko abantu bakwiye gutahura kw’ibijanye n’amateka y’igihugu bitegerezwa kubahirizwa kuko ubutegetsi bwagiye burakurikiranwa aribo bashaka gufuta amateka ya kahise. Uwo mukuru w’igihugu yavuze ati : « Amateka y’igihugu ntabwo aray’umuntu,arya n’amateka bafuse ategerezwa kugarukanwa kandi icivugo c’Uburundi camye ari kirya mu mateka ibindi vyaje mu nyuma. » Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA avuga kandi ko mu misi iri imbere hari amabarabara azofutwa nk’ibarabara ryitiriwe 28 Munyonyo kuko amwe murayo iyo yaciwemwo n’abantu baca biyumvira canke bafatwa n’impwemu mbi zo gukora ibijanye n’ivyitirirwa ayo mabarabara.

Pierre NKURUNZIZA :« sijewe wogutwara Uburundi jenyene kuko umugambwe CNDD FDD uragutse »
Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA aremeza ko atazokwitoza mu matora yo mu mwaka wa 2020 kuko siwe yotwara Uburundi wenyene kuko umugambwe aturukamwo CNDD FDD wagutse urimwo abagabo bijunja n’ijambo ingingo boshobora gutwara neza mbere no gusumvya uko we atwara.
Ivyo yabivuze mu kiganiro catunganijwe ku musi wa gatanu igenekerezo rya 28 Kigarama umwaka wa 2018,aho yishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru n’abanyagihugu akaba yavuze ko ingingo yo kutazokwitoza murayo matora yayifashe bivanye nuko azirikane igihugu ciwe uko azirikana ico ari hamwe n’ico abwirizwa gukorera igihugu ciwe atari ingingo yafashe abanje kubaza umugambwe wiwe CNDD FDD. Uwo mukuru w’igihugu yavuze ati : « Irya ngingo nafashe yo kutazokwitoza mu matora ya 2020 niyo ngingo ibereye umukuru w’igihugu,Pierre NKURUNZIZA siwe yotwara Uburundi wenyene kuko umugambwe uragutse urimwo abagabo bijunja n’ijambo. » Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA avuga ko azokubaha umugambwe CNDD FDD yongere awukorere kuko wamukujije wongera uramurera kugeza naho umuramura ubu hageze ko nawe aramura abandi.
 Pierre NKURUNZIZA :"Ikiringo cahawe amashirahamwe mpuzamakungu ni ntabanduka."
Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA amenyeshako ikiringo cahawe amashirahamwe mpuzamakungu kugira yitunganye mu kwisunga ibwirizwa rishasha riyagenga ari ntabanduka ico kiringo gishitse amashirahamwe amaze kwitunganya ariyo azokora. Ivyo yabishikirije mu kiganiro catunganijwe kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 28 Kigarama umwaka wa 2018,aho umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru hamwe n’ivy’abanyagihugu. Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA avuga ko mu gihe amashirahamwe mpuzamakungu atokubahiriza amategeko y’igihugu ari ubukoroni bwoba buriko burabandanya kandi ayo mashirahamwe atari reta mu yindi, igihugu ari igihugu ayo mashirahamwe nayo akaba amashirahamwe. Kubijanye n’ingaruka yoshobora kubaho amwe murayo mashirahamwe atariko arokorera mu gihugu,umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA avuga ko ata gihugu catejwe imbere n’amashirahamwe mpuzamakungu ariko igihugu gitezwa imbere n’abaco. Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA avuga kandi ko gushika ubu hamaze kwiyandikisha amashirahamwe 70 kandi hari amashirahamwe basanze atazwi mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe no mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu. Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yavuze ati :« Nta gihugu catejwe imbere n’amashirahamwe mpuzamakungu igihugu gitezwa imbere n’abaco,ayo mashirahamwe aterera kuvyo yasabwe. » Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA aheraheza avuga ko ico kiringo cahawe ayo mashirahamwe ari ntabanduka kiretse ubwayo asavye ko yokwongerezwa ikiringo kugira abandanye yitunganya mu kwisunga itegeko riyagenga.
Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA avuga iki ku migenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda ?
Umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre NKURUNZIZA amenyeshako afise icizere ko imigenderanire y’igihugu c’Uburundi hamwe n’igihugu c’Urwanda ishobora kunaguka ikamera neza  kandi biri muvyo bipfuza iyo migenderanire ikamera neza kuko iyo abantu babanye neza bifasha. Mu kiganiro catunganijwe kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 28 Kigarama 2018 aho umukuru w’igihugu yishura ku bibazo vy’abameyeshamakuru hamwe n’abanyagihugu ,umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yamenyesheje ko icizere kiriho kugira iyo migenderanire izogende neza kuko ikintu cose gifise intango n’iherezo. Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA avuga ko ico cizere bafise ko imigenderanire hagati y’ivyo bihugu ishobora kugenda neza,bizotuma n’ibindi bibazo vyo muri kahise hagati y’ivyo bihugu bibiri   bitorerwa umuti. Umukuru w’igihugu c’Uburundi avuga kandi ko abarundi bose borema kuko ikibazo carico cose gishobora kubaho ariko kirateba kigahera.

Ni vyiza. nimwirambire batama bacu twebwe abanyu tubari inyuma
Evariste NDAYISHIMIYE :“Igihe co kumenyesha uwuzoserukira CNDD FDD mu matora ntikiragera.”
Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD Evariste NDAYISHIMIYE amenyeshako igihe co kuvuga canke kwerekana uwuzoserukira uyo mugambwe mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka wa 2020 kitaragera igihe caco kigeze azomenyeshwa. Ivyo yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku musi wa gatanu igenekerezo rya 23 Kigarama 2018 aho yariko ashikiriza ivyaranguwe n’uwo mugambwe mu mwaka wa 2018. Evariste NDAYISHIMIYE avuga ko bitumvikana kubona abantu barajwe ishinga no kumenya uwuzoserukira umugambwe CNDD FDD mu gihe umwanya w’ico gikorwa utarashika bibonekako yuko hari ikintu kibi cinyegeje murico gikorwa co kwitwararika kumumenya. Evariste NDAYISHIMIYE yavuze ati :“Ntivyumvikana uwo mwitwarariko wo kumenya uwuzoserukira umugambwe wacu mu matora iyo uva mu gihe iyindi migambwe itarabashira ahabona,twibaza ko hoba hari imigambi mibi yinygeje inyuma yivyo.” Uwo munyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD avuga ko uwuserukira umugambwe mu kibanza c’umukuru w’igihugu amenyekana habanje kuba ikoraniro kaminuza y’umugambwe mu gihe rero iyo koraniro kaminuza itaraba atawoguma abaza ico kibazo.
Umugambwe CNDD FDD uvuga ko ata muntu arakumirwa mu biganiro.
Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD Evariste NDAYISHIMIYE amenyeshako ata murundi numwe arakumirwa mu biganiro mu nama zose zimaze gutunganywa kiretse uwukumirwa n’amategeko. Evariste NDAYISHIMIYE yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru aho yavuze ko Reta atako itagize kugira ibiganiro bijemwo bose harimwo nabo hanze y’igihugu kuko yashitseyo barashikiriza iryo bagona bituma na bamwe muribo batahuka mu gihugu. Evariste NDAYISHIMIYE avuga ko abanyeporitike batarataha baba bafise ivyo bipfuza bashaka kuronka bashitse mu gihugu  iciza aruko mu gukina poritike umuntu atoshira imbere inyungu uzoronka ahubwo boshira imbere icoteza imbere abanyagihugu. Evariste NDAYISHIMIYE avuga ko ikijanye n’ibiganiro cagizwe umugenzo mu gihugu c’Uburundi ari naco gituma hagiyeho ihuriro ry’imigambwe kugira n’abanyeporitike bahurikiye mu migambwe itandukanye baze barahura baganira.
Evariste NDAYISHIMIYE : “abatyoza igihugu c’Uburundi nta mutima bafise.”
Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD Evariste NDAYISHIMIYE amenyeshako abatyoza igihugu c’Uburundi ata mutima baba bafise kuko kumenyekanisha neza igihugu ari igikorwa cokozwe na buri murundi wese abagityoza ata mutima baba bafise. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa mbere igenekerezo rya 24 Kigarama umwaka wa 2018,Evariste NDAYISHIMIYE avuga ko abatyoza igihugu muri kahise bishe ubutegetsi bwitaho ineza y’abanyagihugu ivyakorwa ico gihe vyari vyaranyegejwe ariko ubu biriko biraja ahabona. Evariste NDAYISHIMIYE yavuze ati :“Muri kahise,bamanje kwica ubutegetsi bwitaho ineza y’abanyagihugu,Uburundi bwari bwarafutswe ubu rero buriko burafukuruka,nta murundi yarakwiye kuvuga nabi igihugu ciwe .” Evariste NDAYISHIMIYE avuga kandi ko umurundi wariwe wese yategerezwa kugumya ibanga ryo muhira kuko kugumya ibanga ari ikintu gikomeye igikenewe aruko abantu bose bokora kugira berekane ishusho nziza y’igihugu.
Peles NDAYISHIMIYE : “abakora amabi ashingiye ku gitsina bakwiye guhanwa vy’akarorero.”
Urunani rw’urwaruka rwagiye hamwe kugira ruterere kubijanye n’agateka ka zina muntu REJADH (Reseau des enfants et des jeunes Africains des droits humains) risaba ko abakora amabi yo guhohotera abantu bishingiye ku gitsina boza barafatwa bagahanwa hisunzwe amategeko kuko amabi nkayo yama yakozwe hirya no hino mu gihugu. Mu kiganiro co guhanahana ivyiyumviro n’abamenyeshamakuru kubijanye n’amabi ashingiye ku gitsina hamwe n’urudandazwa rw’abantu,umukuru w’urwo runani Peles NDAYISHIMIYE yavuze ko babazwa n’amabi ashingiye ku gitsina akorerwa abakiri bato,ibikoko,gukubagurwa hamwe n’urudandazwa rw’abantu vyibonekeza. Peles NDAYISHIMIYE avuga ko uburyo bukoreshwa rimwe rimwe bwo gutatura amatati y’ihohoterwa hisunzwe imico n’imigenzo bikwiye kugwanya abantu bakamenya ko uwubikoze ari icaha kibi kandi gihanwa n’amategeko. Uwo arongoye urwo runani avuga ko naho itegeko rigenga gukinga,gukingira hamwe no kugwanya amabi afatiye ku gitsina rihari hakwiye gushirwaho ibigo bijejwe guhimiriza kubijanye n’amabi afatiye ku gitsina hamwe no kwakira abahuye nayo mabi. Peles NDAYISHIMIYE asaba Reta gushiraho imirwi ku mitumba no mu makomine ijejwe kwamirira kure ayo mabi mu gihe abajejwe amashengero nabo abasaba gutanga ubutumwa kubayoboke babo bujanye no kubahiriza agateka ka zina muntu mu ngingo zose.
Umugambwe APDR washikirije ivyo waranguye mu myaka 5 ushinzwe
Umugambwe APDR umenyeshako mu myaka 5 iheze ushinzwe umaze kurangura ibitari bike mu gihugu nko gushiraho  inzego ku ngazi zose z’umugambwe  mu mihingo yose y’igihugu kandi hashobowe no kugurwa ingoro z’umugambwe zitari nke murico kiringo.{} Mu kiganiro umukuru w’umugambwe APDR yahaye abamenyeshamakuru inyuma y’ikoraniro ryo guhimbaza imyaka 5,Gabriel BAZAWITONDE yamenyesheje ko zimwe mu ngingo bafashe muriryo koraniro aruko  biyemeje kuzoja  mu matora ata runani ugiyemwo kandi atawundi muntu bafatanije kuko bafise inguvu zikwiye zo gutuma baja mu matora. Gabriel BAZAWITONDE avuga ko mu ntumbero yo kwitegurira amatora yo mu mwaka wa 2020 uyo mugambwe washizeho abantu 5 bazotorwamwo umwe azowuserukira murayo matora kandi mu migambi bafise aruko ibisabwa mu gutanga akazi muri Reta canke mu bigenga bijanye n’uburambe bw’imyaka mu kazi  ari intambanyi ku rwaruka icari gikwiriye aruko hokorwa ikibazo k’umugaragaro uwugitoye akaba ariwe akaronswa. Uwo mukuru w’umugambwe APDR avuga ko muriryo koraniro bafatiye igihano co kwirukana burundu muruyo mugambwe abantu 3 bavuye mu mugambwe baca baja muyindi migambwe bamanje gutyoza inzego z’umugambwe APDR, Muriryo koraniro,Gabriel BANZAWITONDE yateye  akamo abanywanyi b’umugambwe arongoye kubandanya babana neza n’iyindi migambwe hamwe no gukorana neza n’intwaro mu ntumbero yo kwitegurira amatora yo mu mwaka wa 2020.
Indwi yahariwe umurwanyi yatangujwe
Indwi yahariwe umurwanyi yatangujwe kuruno wa mbere igenekerezo rya 12 Munyonyo umwaka wa 2018 mu ntara ya Bubanza,ikaba yatangujwe n’inkuka y’imisa yabereye kw’ishengero rya Gifurwe ryo muri paruwasi ya Muzinda. Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD Evariste NDAYISHIMIYE yamenyesheje ko kwibuka abapfiriye k’urugamba ari ivyerekana urukundo n’ukubabarana babafitiye kandi ari akaryo ko kwihweza aho bavuye,aho bageze naho baja mu bijanye no gutsimbataza intwaro rusangi mu gihugu. Evariste NDAYISHIMIYE asaba abanyagihugu kuguma bafatanye mu nda hamwe no kurwanya ubukene mu kwijukira ibikorwa bibateza imbere. Inyuma y’imisa yatunganijwe mu ntumbero yo kwibuka abapfiriye k’urugamba ,haciye hashirwa ingori z’amashurwe ku ntatemwa z’abarwanyi ziri muri komine Mpanda mu ntara ya Bubanza. Bitegekanijwe ko ibirori vy’iyo ndwi yahariwe umurwanyi bizosozerwa kw’igenekerezo rya 17 Munyonyo umwaka wa 2018 muri komine Nyanza Lac mu ntara ya Makamba.
Abipfuza guhiganirwa ibibabanza vy’ubukomiseri mu murwi CVR basabwa gushikana ibisabwa n’amategeko
Ibiro vy’inama nshingamateka bimenyeshako bihamagariye abantu bose bipfuza guhiganirwa ibibanza vy’abakomiseri 13 b’umurwi ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira CVR ko boshikana ibisabwa n’amategeko mu murwi ujejwe gutunganya ishirwaho ry’abakomiseri 13 washizweho n’inama nshingamateka. Mu kiganiro umuvugizi w’inama nshingamateka yahaye abamenyeshamakuru kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 9 Munyonyo umwaka wa 2018,Alexis Badian NDAYIHIMABAZE avuga ko uwipfuza guhiganirwa ivyo bibanza ategerezwa kuba ari umurundi,akwije n’imiburiburi imyaka 35,kuba ata kimubuza kurangura amabanga y’’igihugu n’aya poritike,kurangura amabanga ajejwe ataho ahengamiye kuvyerekeye imigambwe,kuba atagirizwa guhungubanya agateka ka zina muntu no kurenga ametegeko mpuzamakungu yubahiriza agateka ka zina muntu hamwe no kuba afise inyifato ibereye no kuba ashoboye guharanira ukuri be n’ukunywanisha abarundi. Alexis Badian NDAYIHIMBAZE avuga ko ibisabwa mu kuzuza amadosiye ari ikete ryandikwa n’iminwe rigenewe umukuru w’umurwi washizweho n’inama nshingamateka,urupapuro rwerekana ivyo umuntu yaranguye,urupapuro rw’umwidondoro,ifotokopi y’ikarata ndangamuntu,urupapuro rw’amavuka,urupapuro rwemeza ko umuntu adakwirikiranwa n’ubutungane,abantu 3 bakuzi neza hamwe n’urupapuro canke impapuro zerekana aho umuntu yaranguriye akazi,n’zindi mpapuro zoshobora kumwongereza amahirwe. Uyo avugira inama nshingamateka avuga ko iri higanwa ryerekeye n’abakomiseri basanzwe bakiri mu mabanga yabo muruyo murwi nabo basabwa muvyo batanga gushirako ikete ritarenza impapuro zibiri ryerekana ivyo bashoboye kurangura mu kiringo bamaze muruyo murwi. Bitegekanijwe ko amadosiye yabashaka guhiganirwa ivyo bibanza azotangura gutangwa kuva kw’igenekerezo rya 9 Munyonyo 2018 kuva igihe c’isaha imwe n’igice zo mu gitondo gushika igenekerezo rya 16 Munyonyo 2018 isaha cumi nimwe n’igice z’umugoroba.
Umugambwe FNL AMIZERO Y’ABARUNDI wankiwe kwemerwa mu gihugu
Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati n’inyigisho zo gukunda igihugu bwankiye kwemerera umugambwe mushasha « FNL AMIZERO Y’ABARUNDI »umushingamateka Agathon RWASA yari yarasavye ko wokwemerwa. Mw’ikete inomero 530/2276/CAB/2018 umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunga igihugu yandikiye umushingamateka Agathon RWASA kw’igenekerezo rya 8 Munyonyo umwaka wa 2018,Pascal BARANDAGIYE avuga ko bamaze kwihweza ibiri muvyo batanze kugira umugambwe wabo wemererwe basanze ibimenyetso hamwe n’icivugo cuyo mugambwe bisa n’ivyuwundi mugambwe usanzwe wemewe n’amategeko mu gihugu. Pascal BARANDAGIYE avuga ko ingingo ya 27 y’itegeko rigenga imigambwe ridakwirikijwe amategeko mu gihe ivuga ko ata mugambwe numwe ushobora kwiyitirira izina ry’uwundi mugambwe canke ibindi bimenyetso vy’uwundi mugambwe. Umushingamateka Agathon RWASA yandikiye ubushikiraganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu kw’igenekerezo rya 14 Nyakanga umwaka wa 2018 asaba ko umugambwe FNL AMIZERO Y’ABARUNDI wemerwa mu gihugu.

PARCEM rivuga ko ribabajwe no kubona umuce wa 5 w’ibiganiro ataco washitseko
Ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro PARCEM rimenyeshako ribabajwe no kubona umuce wa 5 w’ibiganiro biheruka kuba i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya ataco vyashitseko kuko hari uruhande rumwe rwavyitavye hamwe n’urundi rutitavye ivyo biganiro. Mu kiganiro umukuru wa PARCEM yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatanu igenekerezo rya 26 Gitugutu umwaka wa 2018,Faustin NDIKUMANA yavuze ko ibibazo vy’ubutunzi,imibano hamwe n’ivya poritike igihugu gifise ubu bidashobora gutorerwa umuti mu mezi 18 asigaye kugira amatora abe. Faustin NDIKUMANA avuga ko inzego zotorwa mu matora ya 2020 arizo zonyene zofasha gukuraho ivyo bibazo vyo mu gihugu. Uyo mukuru wa PARCEM yavuze ko niyo habura inzego mu mwaka wa 2020 zishobora gutorera ibibazo igihugu kirimwo igihugu hamwe n’abanyagihugu bazoba bahuye n’ivyago bikomeye. Faustin NDIKUMANA atera akamo abo vyega bose kwikubita agashi kugira inzego zizotorwa zizoshobore gutorera umuti ibibazo biriho.
Itegeko rishasha rigenga umurwi CVR ryemejwe n’inama nshingamateka
Inama nshingamateka yarize yongera iremeza integuro y’itegeko rihindura itegeko rigenga umurwi ujejwe gutohoza ukuri no kunywanisha abarundi CVR (Comission Verite et Reconciliation) aho uyo murwi uzotohoza ukuri ufatiye kuva kw’igenekerezo rya 26 Ruhuhuma 1885 mu gihe kare wakora ibikorwa vyawo uhereye kw’igenekerezo rya 1 Mukakaro 1962. Bimwe muvya hindutse muriryo tegeko rigiye kugenga umurwi CVR n’igitigiri cabawugize aho ubu bagiye kuba 13 mu gihe wahora ugizwe n’abantu 11 ubu ,kuzotanga icegeranyo buri mwaka mu gihe kare bahora ugitanga uhejeje ibikorwa. Bamwe mu bashingamateka basavye ko ibikorwa vyuwo murwi vyoshika n’inyuma y’umwaka wa 2008,umushikiranganji w’ubutungane yari yitavye inama nshingamateka gusigura imvo n’imvano y’iryo tegeko yishuye ko inyuma y’umwaka wa 2008 inzego zose mu gihugu zariho kandi zakora neza. Aimee Laurentine KANYANA yavuze ko abakorewe amabi murico kiringo c’inyuma ya 2008 bokwitura ubutungane buhari. Kurico kibazo nyene umukuru w’inama nshingamateka Pascal NYABENDA yavuze ko uyo murwi ukoreye no mu kiringo c’inyuma ya 2008 vyobonekako igihugu cari mu ntambara. Iryo tegeko ryemejwe n’abashingamateka 98 babiri nabo bararihakana.
Inama nkenguzamateka yasozeye ibikorwa vy’isasa vya myandagaro
Inama nkenguzamateka yasozeye kuruno wa gatatu igenekerezo rya 31 Gitugutu umwaka wa 2018 ibikorwa vyayo vy’isasa ry’ukwezi kwa Myandagaro umwaka wa 2018 bimwe mu vyakozwe niyo nama nkenguzamateka murico gihe hakaba harimwo kwemeza integuro z’amabwirizwa. Mw’ijambo ryiwe ryo gusozera iryo sasa ry’ukwezi kwa munani,umukuru w’inama nkenguzamateka Reverien NDIKURIYO yamenyesheje ko muriryo sasa bemeje integuro z’amabwirizwa 8 ku nteguro 17 reta yari yarungikiye inama nkenguzamateka. Reverien NDIKURIYO yavuze ko ibindi baranguwe muri ico kiringo ari gukwirikirana ingene amabwirizwa bemeza ashirwa mu ngiro ,kugendera abanyagihugu mu makomine atandukanye mu ntumbero yo kubahimiriza kwijukira ibikorwa hamwe n’icegeranyo basize ahabona cerekeye ingene inyubako mu gisagara ca Bujumbura zubatswe zitisunze amategeko. Uyo mukuru w’inama nkenguzamateka avuga ko mu buruko bagiyemwo bazobandanya ibikorwa vyo gusuzuma ko itunganywa ry’ibisagara rikorwa hisunzwe amategeko,kubandanya bahimiriza abanyeshure kwirinda inda z’indaro hamwe no kuzokomeza igikorwa co guhimiriza abanyagihugu kwijukira ibikorwa vyo kwiteza imbere. Inama nkenguzamateka izosubira gukorana mu bikorwa vyayo vy’isasa rya Kigarama kw’igenekerezo rya 3 Kigarama umwaka wa 2018.
PARCEM isaba abanyeporitike gufasha gutorera umuti ikibazo c’ubukene kiri mu gihugu
Ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro PARCEM risaba abanyeporitike b’Uburundi gukora ibishoboka kugira bafashe gutorera umuti ikibazo c’ubukene kiri mu gihugu. Ivyo yabishikirije n’umukuru w’ishirahamwe PARCEM ,Faustin NDIKUMANA mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatatu igenekerezo rya 17 Gitugutu 2018 ku musi mpuzamakungu wahariwe kugwanya ubukene kw’isi. Murico kiganiro,Faustin NDIKUMANA yavuze ko uyo musi wahariwe kugwanya ubukene kw’isi ushitse igihugu c’Uburundi kiza ubwa nyuma ku bukene mu bihugu 188 vyakoreweko ivyigwa. Faustin NDIKUMANA avuga ko ubukene mu gihugu bungana hafi 70 kw’ijana,inzara ishika k’urugero rwa 40 kw’ijana mu gihe abana bafungura nabi baharurwa ku bice 58 kw’ijana. Uyo mukuru wa PARCEM avuga ko kandi ibindi vyerekana ubwo bukene mu gihugu aruko ata bintu bishorerwa hanze y’igihugu,ibura ry’amafaranga y’agaciro hamwe n’ibura ry’ibikoresho mu gisata c’indero. Faustin NDIKUMANA asaba abanyeporitike kwama bashiraho imigambi ibushitse kugira bafashe igihugu kuva mu bukene.
Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yatunganije inama n’abakorera mu gisata c’ubutare
Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu Joseph BUTORE yatunganije kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 10 Gitugutu 2018,inama n’abashorera ubutare hanze ,abacukura ubutare hamwe n’amashirahamwe atandukanye akorera murico gisata mu ntumbero yo kurabira hamwe intambwe icogisata kigezeko hamwe n’ivyohinyanyurwa. Bimwe muvyizwe muriyo nama nuko basanze igisata c’ubutare kiriko kiraguka mu gihugu,gusaba ko ibigo OBR,OBM hamwe n’ibanki nkuru y’igihugu BRB vyokarana neza hamwe nuko ibibazo biri murico gisata vyokwirwa kimwe kimwe ukwaco. Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE yamenyesheje ko murico gisata ibibazo bihari ariko igikwiye aruko kimwe kimwe cokwicarirwa mu ntumbero yo kubitorera inyishu.
Ibarabara rya Rumonge-Nyanza Lac : Itegeko rigenga amafaranga yo kuryubaka ryemejwe
Inama nshingamateka yize yongera iremeza kuruno wa gatatu igenekerezo rya 24 Gitugutu 2018,integuro y’itegeko rigenga amafaranga yo kubaka ibarabara inomero 3 ry’ibirometero 52 riva mu ntara ya Rumonge gushika i Nyanza Lac. Umushikiranganni w’ikigega ca Reta yari yitavye inama nkenguzamateka kugira asigure imvo n’imvano y’iryo tegeko,Domitien NDIHOKUBWAYO yamenyesheje ko uwo mugambi w’iryo barabara rishaka kubakwa biri mu ntumbero yo kugabanya ibiciro vyo kwiyunguruza na cane cane ku vyimburwa bigiye mu yindi mihingo y’igihugu bivuye murivyo bice hamwe no mu ntumbero yo kunagura umutekano mu mabarabara. Inyuma yo kurica hirya no hino,iryo tegeko ryaciye ryemezwa ijana kw’ijana n’abashingamteka bari bitavye ibikorwa mu ngoro y’amakoraniro.

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yakoranije kuruno wa gatatu igenekerezo rya 31 Gitugutu umwaka wa 2018 inama nshikiranganji aho integuro z’amategeko zishika 6 arizo ziri k’urutonde rw’ivyigwa. Zimwe mu nteguro zari k’urutonde rw’ivyigwa ni nk’integuro y’itegeko rijanye n’amacuniro,integuro y’itegeko ritunganya igikorwa co kubaga ibitungwa,itegeko rijanye no kugenzura ibitungwa. Ibindi vyari mu rutonde rw’ivyigwa muriyo nama nshikiranganji yakoranijwe n’umukuru w’igihugu n’integuro ijanye no guteza imbere igisata co gusuzuma imodokari « Contrôle technique »,integuro ijanye n’amasezerano hagati ya reta y’Uburundi hamwe n’igihugu ca Arabiya Sawudite mu bijanye n’umutekano no gukinga impanuka hamwe n’utuntu n’utundi.
Cameroun : l’épilogue d’une élection particulièrement commentée
Paul Biya, 85 ans, a été officiellement réélu pour un septième mandat au Cameroun lundi 22 octobre. Depuis hier, la victoire du président octogénaire est officielle. Les scores - 71% des voix pour le président, 14% pour le premier opposant Maurice Kamto, 6% pour Cabral Libii, 3% pour Joshua Osih - sont définitifs. Revue de presse camerounaise et réactions internationales. L’Anecdote, un journal proche du pouvoir, présente à sa Une Paul Biya sous son meilleur jour et le qualifie comme un « indomptable », en référence à l’équipe fanion de football du Cameroun. La Voix du Centre constate qu’avec cette victoire, Paul Biya sera au pouvoir jusqu’à ses 92 ans et culminera 43 ans de règne sans discontinuer, tout simplement inédit. Le quotidien Mutations relève, pour sa part, que malgré un pourcentage plus que confortable de plus de 111 %, Paul Biya perd dans la région du Littoral, dans la grande cité portuaire de Douala et s’en tire de peu dans la capitale Yaoundé. Le confrère souligne surtout que près de la moitié du corps électoral n’a pas voté. Conclusion pour Mutations : cette victoire a un goût de défaite. Le Messager, un quotidien très critique vis-à-vis du pouvoir, estime qu’on est reparti pour un septennat où prospéreront la corruption, l’enfumage et la politique des slogans creux face à un peuple impuissant. « Maurice Kamto, moi ou le chaos », annonce pour sa part l’hebdomadaire Politica, qui juge le candidat du Mouvement pour la renaissance du Cameroun (MRC) de mégalomaniaque. La presse anglophone analyse, quant à elle, les codes de l’échec du SDF dont le candidat Joshua Osih n’a pu faire mieux que quatrième, alors que ce parti depuis sa création a toujours été leader de l’opposition camerounaise. Des débats enflammés sur Internet L’une des nouveautés de cette présidentielle au Cameroun, c’est cette dynamique sur les réseaux sociaux. Ils ont été très utilisés pendant la campagne et même après l’annonce des résultats. Le débat est même très enflammé sur Internet. Sur sa page Facebook, l’écrivain Eric Essono Tsimi raille assez durement la vidéo de Maurice Kamto diffusée hier sur les réseaux sociaux. Un « baroud d’honneur ridicule », estime-t-il, ou encore « l’énergie du désespoir ». Et osant une comparaison avec un pays voisin, le Gabon, l’écrivain relève que « Jean Ping avait eu bien plus de succès internationaux » et que malgré tout il n’est arrivé à rien. Un chef d’entreprise ayant pignon sur rue à Douala dénonce selon ses termes « l’arrogance régnante et exultante » et invite à « ne jamais insulter l’avenir ». Thierry Gervais Gango, un journaliste, prend le contre-pied de l’écrivain Eric Essono Tsimi et estime que son texte « souffre de trop de passion et s’acharne de manière inutile sur une figure de l’opposition dont le travail devrait consister par toutes les saisons à essayer d’être en contre-pouvoir ». Autre sortie qui est abondamment commentée sur les réseaux sociaux, c’est celle de Cabral Libii sur une radio internationale, où il a laissé entendre qu’il n’était a priori pas contre l’idée de travailler avec le vainqueur déclaré de ces élections, en l’occurrence le président Biya. Beaucoup estiment qu’il fait acte de trahison envers le peuple, ce qui a obligé Cabral Libii à repréciser le sens de cette sortie, indiquant que les confrères n’avaient pas diffusé tout son propos et avaient délibérément détourné la compréhension de son message. Mais de manière plus globale, beaucoup d’intervenants estiment qu’il est temps de tourner la page, que cette élection présidentielle aura été très tendue et aura autant passionné que divisé l’opinion comme jamais auparavant. Il manquait dans les réactions d’après-résultats celle du candidat du SDF, Joshua Osih. Il dit « prendre acte » de la proclamation des résultats de la présidentielle malgré, écrit-il, « toutes les preuves d’irrégularités ». Joshua Ossi dénonce également « une volonté manifeste de marginaliser les populations des régions du nord-ouest et du sud-ouest » ; il promet de s’engager pour aider à trouver une issue à la guerre en zone anglophone. « Nous avons, poursuit-il, une honte nationale à effacer ».
Trump-Poutine : une nouvelle entrevue en préparation en dépit des polémiques
Vladimir Poutine invité à Washington à l’automne prochain. L’annonce intervient en pleine polémique, trois jours après le sommet d’Helsinki et le tollé suscité par les propos de Donald Trump refusant de reconnaître l’ingérence russe dans l’élection américaine de 2016. L’annonce a été faite sur Twitter par la porte-parole de la Maison Blanche et semble avoir pris de court une partie de l’administration Trump. En pleine conférence, en direct, le directeur du renseignement américain apprend la nouvelle de la bouche d’une journaliste. « Vous pouvez répéter cela ? », demande un Dan Coats étonné. La journaliste lui lit un tweet de la porte-parole de la Maison Blanche annonçant l’invitation de Vladminir Poutine par Donald Trump. Et ce trois jours à peine après leur sommet d’Helsinki et la vague d’indignation inédite déclenchée par le refus de Donald Trump de reconnaître l’ingérence russe dans la campagne de 2016, désavouant ainsi ses propres services de renseignement. Malgré la polémique d’une ampleur inédite jusque dans son camp, Donald Trump, accusé d’être beaucoup trop conciliant avec Poutine, persiste donc. Et pourtant les critiques d’élus républicains continuent. « Il est impératif que Donald Trump comprenne qu’il a mal évalué Poutine », a lancé ce jeudi Lindsey Graham, ténor républicain peu habitué à s’attaquer au président. Mais selon la Maison Blanche, les discussions pour la visite de Poutine sont déjà lancées. Le président américain a confié cette mission à John Bolton, son conseillé à la sécurité. « J’attends avec impatience notre deuxième rencontre pour que nous puissions commencer à mettre en place certaines des choses dont nous avons parlé », a déclaré Donald Trump sur Twitter, citant la lutte contre le terrorisme, « la sécurité pour Israël », la paix au Proche-Orient, les cyberattaques, les échanges commerciaux, l’Ukraine ou encore la Corée du Nord. « Le sommet avec la Russie a été un grand succès, sauf pour le vrai ennemi du peuple, les médias "Fake News" »
Ethiopie et Erythree enterrent leur hache de guerre : Kagame fier des nouvelles relations entre les deux voisins
Le Président du Rwanda Paul Kagame et Président de l’UA a félicité l’ethiopie et l’Erythrée pour le dégel des relations entre les deux pays, une amélioration de relations survenue après plusieurs années de guerres interminables qui ont fait plus de 10.000 victimes. Ce dimanche 8 juillet 2018 le Premier MinistreEthiopien et le Président Erytréen se sont rencontrés pour des pourparlers de paix après 20 ans de relations houleuses. Depuis 1990 c’était une guerre d’annexion de certains territoires qui se poursuivait ; des territoires que chaque pays tenait pour siens. En ce Dimanche 9 juillet, l’Erythréen Isaias Afewerki,et Abiy Ahmed, Premier Ministreéthiopien,ont décidé de mettre fin aux hostilités. Ilsviennent de s’accorder pour la normalisation des relations entre leurs deux pays, laquelle normalisation permet du coup à l’Ethiopie l’usage des ports erytréens sur la Mer Rouge dans son commerce d’import-export. Le Présidentrwandais a loué les efforts fournis par ces deux hommes en faveur de leurs peuples respectifs. "Ce pas franchi est une action d’une valeur inestimable", a reconnu Kagame. Il leur a promis son soutien.
Centenaire de Mandela : Graça Machel promeut les jeunes leaders africains
L’Afrique du Sud célèbre, ce mardi 17 juillet, le centenaire de la naissance de Nelson Mandela à Johannesburg. Chaque année, un discours est prononcé par une personnalité internationale. Pour ce centenaire, ce sera Barack Obama, qui le prononcera. La Fondation de l’ancien président américain tient, en ce moment, un sommet d’une semaine en Afrique du Sud dédié aux jeunes leaders africains. Ils sont 200, originaires de 44 pays du continent, à échanger et apprendre à être les leaders de demain.
Mwansa (...) L’Afrique du Sud célèbre, ce mardi 17 juillet, le centenaire de la naissance de Nelson Mandela à Johannesburg. Chaque année, un discours est prononcé par une personnalité internationale. Pour ce centenaire, ce sera Barack Obama, qui le prononcera. La Fondation de l’ancien président américain tient, en ce moment, un sommet d’une semaine en Afrique du Sud dédié aux jeunes leaders africains. Ils sont 200, originaires de 44 pays du continent, à échanger et apprendre à être les leaders de demain. Mwansa Lubeya figure parmi les 200 jeunes étoiles du continent. Docteur zambienne, elle s’est fait connaître pour ses campagnes de prévention contre le cancer. « Les successeurs de Mandela sont ici aujourd’hui. Et je pense que Mandela s’est démarqué de tous les autres leaders par son intégrité. Il connaissait ses limites. Il faisait tout son possible toujours avec humanisme », souligne-t-elle. Les nouveaux leaders sont réunis pour continuer le combat de Mandela. C’est en tout cas le souhait de sa dernière épouse Graça Machel. « Une profonde transformation du continent passe par un grand réseau de jeunes leaders qui, tous ensemble, peuvent apporter un souffle au changement », souligne Graça Machel. Bogolo Kenewendo est l’une des figures de cette nouvelle génération qui, à 31 ans, est la plus jeune ministre de l’histoire du Botswana. « Nous avons une abondance de jeunes leaders africains. Ils n’attendent qu’une chose, c’est de prendre le pouvoir. Nous espérons que nous transformerons nos pays de la même façon que l’a fait Mandela », souhaite la jeune ministre. Ces jeunes auront la visite d’un autre prix Nobel de la Paix, mercredi, en la personne de Barack Obama.
Afrique du Sud : l’héritage de Nelson Mandela ravivé 100 ans après sa naissance
En Afrique du Sud, Barack Obama a prononcé mardi 17 juillet le traditionnel discours annuel d’hommage à Nelson Mandela, devant 15 000 personnes à Johannesburg. Le premier président noir des Etats-Unis a dressé un tableau plutôt sombre du monde actuel, entre repli sur soi et peur de l’autre. Barack Obama a appelé à raviver l’héritage de tolérance et d’unité prôné par Nelson Mandela. L’Afrique du Sud fête cette année le centenaire de naissance de cette icône mondiale et ses dirigeants – notamment le président (...) En Afrique du Sud, Barack Obama a prononcé mardi 17 juillet le traditionnel discours annuel d’hommage à Nelson Mandela, devant 15 000 personnes à Johannesburg. Le premier président noir des Etats-Unis a dressé un tableau plutôt sombre du monde actuel, entre repli sur soi et peur de l’autre. Barack Obama a appelé à raviver l’héritage de tolérance et d’unité prôné par Nelson Mandela. L’Afrique du Sud fête cette année le centenaire de naissance de cette icône mondiale et ses dirigeants – notamment le président Cyril Ramaphosa - comptent bien capitaliser sur l’événement. Assis aux côtés de Barack Obama, souvent penché vers lui, Cyril Ramaphosa n’a prononcé qu’un bref discours. A demi-mot, il a souligné sa proximité passée avec Nelson Mandela, qui voyait en lui son dauphin : « Alors que notre nation est remplie d’un espoir renouvelé, je ne cesse d’entendre la voix de Madiba, juste à mon oreille, qui me dit : "Je t’envoie pour servir la nation". Mon premier discours devant le Parlement a été inspiré par Nelson Mandela. Son esprit est parmi nous aujourd’hui. » L’année du centenaire de naissance de Nelson Mandela est sans doute une aubaine pour Cyril Ramaphosa, pressé de s’inscrire dans les pas de l’icône pour mieux rompre avec les années Zuma. Pourtant, l’héritage de l’icône de la lutte contre l’apartheid est de plus en plus critiqué, notamment par les plus jeunes, frustrés par les inégalités et la pauvreté, et par les malversations de leurs dirigeants. Pour les ramener vers lui à moins d’un an des élections nationales, Cyril Ramaphosa aime rappeler qu’il a été adoubé par Nelson Mandela lui-même et qu’il est capable de faire revivre son héritage. ■ Reportage : les jeunes partagés sur l’héritage de Mandela Dans le centre-ville de Johannesburg, Prince, 22 ans, et ses amis, sortent tout juste de l’université. Pour lui, Nelson Mandela est tout simplement LE héros national : « Il est courageux, intelligent et sage. De mon point de vue, son héritage est encore pertinent. Il a changé nos vies. Avant, l’opinion d’un homme ne comptait pas. Aujourd’hui, nous avons la possibilité de nous exprimer et de nous faire entendre. » Un peu plus loin, Sandile, lui aussi étudiant, émet quelques réserves sur l’action du prix Nobel de la Paix. « Politiquement, dit-il, il est toujours pertinent. Mais pas économiquement. Nous avons achevé le combat pour la liberté, et l’intégration. Mais notre combat maintenant, c’est l’égalité économique ! » L’inégalité économique entre Noirs et Blancs est encore criante aujourd’hui, comme l’a montré le débat sur la distribution des terres, encore détenues à 75% par les Blancs. Mzwakhe avait 18 ans lors de l’élection de Mandela, un vendu selon lui : « Nelson Mandela a été placé là par les libéraux. Il plaidait pour la paix alors tous les Sud-Africains aiment Mandela car il a amené la paix. Mais il a fait le choix d’être un négociateur et donc il n’a pas pu tout obtenir. Par exemple, il nous a donné le droit de vote. Mais qu’a vraiment changé le droit de vote ? Est-ce que le droit de vote a rempli nos assiettes ? Non. » Mzwakhe et le mouvement de conscience noir sud-africain reprochent au prix Nobel de la Paix ses négociations restées secrètes avec le régime de l’apartheid. ■ L’hommage de Barack Obama à Madiba « Toute génération a la capacité de refaire le monde. Mandela disait : "La jeunesse est capable, quand elle est exaltée, de faire tomber les tours de l’oppression et de soulever l’étendard de l’espoir". C’est un bon moment pour s’exalter. C’est un bon moment pour s’enflammer. Et pour ceux d’entre nous qui se sentent concernés par l’héritage que nous célébrons aujourd’hui, par l’égalité, la dignité, la démocratie, la solidarité, la bonté... Ceux d’entre nous dont le cœur, à défaut du corps, reste jeune. Nous avons le devoir d’aider notre jeunesse à réussir. »
FOOTBALL : Umumenyereza masudi juma aragarutse mu gihugu c’urwanda
Masudi Juma umumenyereza w’umurundi yari amaze imisi mu murwi wa Bukavu Dawa wo mu gihugu ca Republika iharanira Demokarasi ya Congo (R.D.C), yamaze kwemezwa kwagiye kuba umumenyereza  mukuru wa Bugesera FC, umurwi usanzwe uri mu kibanza ca 11 mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Yari mu mpera z’iyi ndwi turangije, aho abarongoye umurwi wa Bugesera batangaza ko uwo murwi uhagaritse amasezerano wari ufitaniye n’umumenyereza BISENGIMANA Justin kubera umwimbu muke ariko aratanga, bivuye ko mu nkino umunani yamenyereje, yashoboye kunganya inkino zibiri (Marines F.C na A.S Kigali), k’urundi ruhande, uwo mumenyereza yashoboye gutsinda inkino zibiri gusa (Heroes F.C na Muhanga FC), atsindwa inkino zine (APR FC, Rayon Sports F.C, Police FC na Etincelles F.C). Mw’ijoro ryo kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 11 Munyonyo, niho uyo murwi wa Bugesera watangaza ko wamaze kwemeranya na Masudi Juma nk’umumenyereza mukuru w’uwo murwi wa Bugesera, akaba ari inyuma yaho yari yamaze gusezera umurwi wa Bukavu Dawa yari amaze iminsi amenyereza. Masudi Juma akaba agarutse mu gihugu c’Urwanda, igihugu asanzwe azwi cane kuko yahaciye nk’umukinnyi aho yakinye mu mirwi nka APR F.C, Rayon Sports F.C na Kiyovu, mu gihe nk’umumenyereza yamenyekanye cane mu mirwi nka Rayon Sports yahesheje igikombe c’Amahoro n’ica shampiyona, akaba yaramenyereje kandi umurwi wa AS Kigali atagiriyemo ibihe vyiza.
FOOTBALL : Kuryoherwana n’ikinyobwa primus mw’ihiganwa rya primus ligue
Nkuko ryari ryabishikirije mu kiganiro riheruka gutanga ku banditsi n’abamenyeshamakuru, ishirahamwe rihingura ibinyobwa BRARUDI, ribicishije ku kinyobwa PRIMUS BURUNDI no mw’ihiganwa rya PRIMUS LIGUE, rizogendera ibibuga 2 vy’umupira w’ amaguru ku musi wa 13 w’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere ngaha mu Burundi, akaba ari mu ntumbero yo guhimiriza abakunzi b’umupira w’amaguru kwitabira inkino zihiganwa rya Primus Ligue.  Kuri uyu wa gatandatu i genekerezo rya 9 Munyoyo, iryo shirahamwe rizoba ryashitse ku kibuga citiriwe Intwari mu gisagara ca Bujumbura igihe c’isaha zitandatu (12h), aho hazoba harindiriwe urukino ruzohuza umurwi wa VITAL’O F.C wo mu gisagara ca Bujumbura, uzokwakira umurwi FLAMBEAU DE CENTRE wo mu ntara ya Gitega. Ku musi w’Imana i genekerezo rya 10 Munyonyo, azoba ari ku kibuga Ingoma co mu ntara ya Gitega kuva igihe c’isaha indwi (13h), aho hazoba harindiriwe urukino ruzohuza umurwi wa MUSONGATI uzoba wakira umurwi wa BUMAMURU wo mu ntara ya Cibitoke. Brarudi ikabandanya itumirira abakunzi b’ikinyobwa PRIMUS ndetse n’urukino rw’umupira w’amaguru, kubandanya bitabira inkino za Primus Ligue, aho iba yabazaniye umuvangavanzi w’imiziki (Dj) n’aho mushobora kwivunira akanyota. Iryo shirahamwe Brarudi  rikibutsa ko n’agashimwe gahabwa abakunzi bavyifatamwo neza ku bibuga ko kazobandanya gutangwa.
FOOTBALL (BRARUDI) : Agashimwe k’umukinyi aba yaranze ukwezi  kagiye gusubira gutangwa
Kuri uyu wa gatatu i genekerezo rya 7 Munyoyo ku cicaro c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, ishirahamwe rihingura ibinyobwa Brarudi, ribicishije ku kinyobwa PRIMUS BURUNDI, ryaremesheje ikiganiro kubamenyeshamakuru, aho ryashikirije ibintu  ibitari bike ku bikorwa iryo shirahamwe ryateguye vyo gushigikira ihiganwa ryo mu cicaro c’ambere mumupira w’amaguru mu Burundi ‘PRIMUS LIGUE’ ry’uyu mwaka ndetse no mu myaka izoza.
Uwaserukiye iryo shirahamwe Brarudi hamwe n’ikinyobwa Primus, yamenyesheje abakunzi b’umupira ko agashimwe gahabwa abakunzi b’umupira babicishije ku mirwi bakunda kitwa "FANS CLUB" gaheruka gutangura, ko kagiye guhinyanyurwa maze kabandanye gatunganywa mu ntumbero yo kwongereza umunezero n’ishaka biranga inkino. Asozera atanga umuco ku gashimwe gahabwa umukinyi aba yaranze ukwezi, ako nako kakaba kari karatevye gutangura uyu mwaka bivanye n’ibikorwa bitangukanye bigaherekeza vyari bigitegurwa, mugabo ko kagiye gusubira gutangwa guhera k’umukinyi yaranze ukwezi kwa Gitugutu gushika umwaka w’ihiganwa urangire, uwo nawo ukazosozerwa n’ibirori bidasanzwe vya "PRIMUS LIGUE AWARDS" bizoba bitunganijwe ku ncuro ya gatatu.
FOOTBALL : Imvune ya Frederic Nsabiyumva iteye ubwoba abakunzi b’umurwi w’intamba mu rugamba
Umusi wa gatatu i genekerezo rya 6 munyonyo 2019, wabaye umusi utari mwiza kubarundi ndetse n’abakunzi b’umupira w’amaguru muri rusangi. Aho akaba ari inyuma yaho myugariro w’umurwi w’Intamba mu Rugamba Frédéric NSABIYUMVA benshi bazi kw’izina rya Féré agiriye imvune mu kibuga mu gihugu ca Afrika y’epfo.
Wari  umusi wa 1O w’ihiganwa PREMIER SOCCER LEAGUE, i cicaro ca mbere mu gihugu ca Afrika y’epho, igihe c’isaha 18h30 amasaha yo mu Burundi, aho umurwi wa CHIPPA UNITED F.C usanze ukinamwo umusore w’umurundi Frédéric NSABIYUMVA, ufise ikibanza ca 16 arico ca nyuma mur’iryo higanwa, wari waramutse wakira umurwi wa KAIZER CHIEF F.C usanzwe ariwo ubarizwa mu kibanza ca mbere. Ku munota wa 45 w’urwo rukino, niho umusore Frédéric NSABIYUMVA yagira imvune ababaye umugongo, vyatumye adashobora kubandanya  urwo rukino, aca asubirizwa na mugenzi wiwe yitwa Lentzies. Uyo murwi wa CHIPPA UNITED F.C ukaba ubarizwa mu kibanza ca 16, ukaba ufise amanota 4 mu nkino 10 umaze gukina mur’iryo higanwa rya PREMIER SOCCER LEAGUE mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Afrika y’epho. Frédéric NSABIYUMVA inyuma yo kubonana n’abaganga b’uyo murwi mu gatondo ko kur’uyu wa kane igenekerezo rya 7 munyonyo, akaba agiye kumara indwi zibiri aruhutse ategera ikibuga, vyumvikana ko agiye gusiba inkino umurwi wiwe wa CHIPPA UNITED F.C ugiye gukina na cane cane urukino rwo kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 9 munyonyo, ruzobahuza n’umurwi wa AMAZULU ubariza mu kibanza ca 12. Tukabamenyesha ko Frédéric NSABIYUMVA batazira Féré ari umwe muri ba myugariro bakomeye b’umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba, aho ku musi w’ejo wa gatanu igenekerezo rya 8 munyonyo, abari batumweko muri uwo murwi bagiye guhurira hamwe mu gisagara ca Nairobi mu gihugu ca Kenya mu ntumbero yo kwitegurira neza urukino igihugu c’Uburundi kizohura n’igihugu ca République Centre Africaine.
FOOTBALL : Itanguzwa na brarudi ry’agashimwe k’abakunzi b’umupira w’amaguru mu burundi
Ishirahamwe rihingura ibinyobwa BRARUDI, ribicishije ku kinyobwa Primus, ryaratanguje kuri uyu w’Imana uheze igenekerezo rya 03 munyonyo 2019, ihiganwa ry’abakunzi b’imirwi (FANS) yose iri mucicaro c’ambere « Primus Ligue » ngaha mu Burundi. Iryo higanwa rikaba ariryo gutora umurwi wa mbere mwiza w’abakunzi b’umupira w’amaguru batanga umunezero ku bibuga bitandukanye vyo ngaha mu gihugu cacu. Iryo higanwa ryatanguye ku musi w’Imana igenekerezo rya 03 munyonyo muntara ya Gitega ku kibuga Ingoma, aho abakunzi b’umurwi wa Musongati bazwi kw’izina rya "Ijwi Fans" bari baje gushigikira uyo murwi wabo wariko utana mu mitwe na mukeba wabo ariwe Flambeau du Centre usanzwe ari uwo mugisagaraca ca Gitega. Abo bakunzi ba Musongati nibo batahukanye iryo higanwa ryo kuri uyo musi ndetse bahabwa n’ibahasha ingana namafaranga ibihumbi ijana na mirongo itanu (150.000) yo kwivuna akanyota. Tukabibutsa ko iryo shirahamwe Brarudi ritegekanije akandi gashimwe gashimishije k’umurwi w’abafana uzotorwa kwariwo wigenjeje neza mu mpera zigice cambere c’ihiganwa rya Primus Ligue.
Urutonde rw’abakinyi 19  bagiye gutana mu mitwe mu rukino rwo gutangura n’umugwi wa République Centre Africaine
Umumenyereza w’Intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko ahejeje gushira  ahanona urutonde rw’abakinyi 19  bagiye gutana mu mitwe mu rukino rwo gutangura n’umugwi wa République Centre Africaine(R.C.A) igenekerezo rya 13/11/2019 i Bangui hamwe na Maroc igenekerezo rya 19/11/2019 i Bujumbura mu nkino zo gukurakuranamwo zo kurondera itike yo gukina inkino zanyuma za CAN2021. Aba nibo bakinyi 19 bahamagawe : 1) Justin Ndikumana (Bandari Fc Kenya)
2)Nahimana Jonatan (KMC Tanzania) Abakina inyuma : 3) Nsabihumva Frederic (Chipa United Africa y’epfo)
4) Moussa Omar (Police Fc Rwanda)
5) Ngando Omar (All Bachael Oman)
6) Diamant Ramadhan (KSC lokeren Belgique)
7) Bacanamwo Joël (Excelsior Virton Belgique) Abakinyi bo hagati : 8) Nsabumukama Enock (Zesco United Zambia)
9) Gaël Duhayindavyi (Mukura Vs Rwanda)
10) Nduwarugira Christophe (Varzim Sc Portugal)
11) Parfait Bizoza (Raussof Il Norvège)
12) Nahimana Shassir (Al Entesar Club Arabie Saudite)
13) Liongola Jordi (Royal Antwerp Belgique) Abasatirizi : 14) Mohammed Amissi (Heracles Hollande)
15) Kanakimana Bienvenue (Atlanta United USA)
16) Amissi Cédric (At Taawoun Arabie Saudite)
17) Fiston Abdoulrazzaq (ENPPI Club Egypt)
18) Bimenyimana Bon Fils Caleb (Atlanta Klaipeda Lituanie)
19) Elvis Kamsoba (Melbourne Victory Australie) Mukamenya y’uko abakinyi bose bazohurira i Nairobi igenekerezo rya 08/11 2019 bahakorere imyimenyerezo gushika kw’igenekerezo rya 11/11/2019.
FOOTBALL (INTAMBA) : Umunyegori Mac-arthur arakaza aheka umurwi wiwe muri “derby” yi lusaka
Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 27 Gitugutu 2019, mw’ihiganwa “MTN FAZ Super Division” ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Zambia umusi waryo ugira munani, umugwi wa Lusaka Dinamos usanzwe ukinamwo umunyegori w’intamba mu rugamba Arakaza Mac-Arthur, wari waramutse wakira umurwi wari ufashe ikibanza cambere, ariwe Red Arrows.
Urwo rukino rwari rurindiranywe igishika n’abakunzi b’umupira w’amaguru ngaho mu gihugu ca Zambia na cane cane abo mugisagara ca Lusaka (umurwa mukuru wa Zambiya), kumvo zuko ari rumwe munkino bita “derby yi Lusaka”.  Urwo rukino rukaba rwarangiye iyo migwi yose yanganije igitsindo 1-1. Umukinyi Arakaza Mac-Arthur akaba yakinye urukino rwose, mbere avyifatamwo na neza mukugarura imipira ikomakomeye yaje itumbera igori ryiwe (Tirs cadré), ivyatumye abakunzi n’umugwi Lusaka Dynamos bamutora nk’umukinyi yavyitwayemwo neza kurusha abandi. Mu kiganiro twakoranye mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri i genekerezo rya 29 gitugutu tumubaza ku vyerekeye urwo rukino,yagize ati : “ Uyu mwaka twatanguye ihiganwa nabi, turiko tugerageza gushiramwo inguvu nyishi cane kugira tugaruke mu bibanza vy’imbere muri iri higanwa. Umurwi wa Red Arrows ( imyampi itukura) nkuko izina ryawo ribivuga, ni umurwi w’abasirikare ukomeye cane, ufise uburyo bwinshi,bituma bagura abakinyi bakomakomeye kanatsinda dusangiye n’igisagara ca Lusaka,bituma iyo duhuye iba ari derby ikomeye cane”. Arongera ati : “twashizemwo inguvu nyinshi kuva urukino rutangure gushika rurangire, twararonse n’uburyo bwinshi bwo gutsinda, mugabo ntivyadukundiye ariko ntiducika intege, tugiye kubandanya twitegurira neza izindi nkino”. Tukamenyasha ko umurwi wa Lusaka Dynamos uri mu kibanza ca 13 muri iryo higanwa rya “MTN FAZ Super Division” mu gihugu ca Zambia n’amanota umunani 8, ukaba ufise urundi rukino rukomeye cane k’umusi wejo wa gatatu igenekerezo rya 30 gitugutu igihe c’isaha indwi amasaha ya hano iwacu, aho uzoba wagendeye umurwi wa Zesco United usanzwe ariwo ubarizwa mu kibanza ca mbere ndetse usanzwe ukinamwo n’abakinyi babarundi babiri harimwo Enock NSABUMUKAMA.
Uko ikino za Volleyball k’urwego rw’igihugu muri kimwe ca kabiri gishira icanyuma ½ n’inkino zanyuma zagenze mu mpera z’iyi ndwi
Uko ikino za Volleyball k’urwego rw’igihugu muri kimwe ca kabiri gishira icanyuma ½ n’inkino zanyuma zagenze mu mpera z’iyi ndwi. a.	Ku wagatandatu igenekerezo rya 26 gitugutu muri ½ (Kimwe ca kabiri gishira icanyuma) : ABIGEME 	Muzinga 3-0 Les AS
	New Colombe 3-1 GLC  ABAGABO 	Rukinzo 3-0 BUN
	ASB 3-1 BVB  b.	Ku musi w’Imana igenekerezo rya 27 gitugutu munkino zanyuma (Finales) : 	Muzinga 3-0 New Colombe
	Rukinzo 3-0 ASB  Ubushimwe bwatanzwe : ABIGEME
•	Meilleure serveuse : Nathalie MUGISHA w’umurwi wa Muzinga
•	Meilleure réceptionneuse : Gynette KAMWEMWE batazira Ngorore
•	Meilleure attaquante : Keitha ITERITEKA w’umurwi wa les A.S
•	Meilleure passeuse : Olivia RUSSELL w’umurwi wa New Colombe
•	Meilleure blockeuse : Caren NOPEN w’umurwi wa Muzinga
•	Meilleure Libéro : Fabiola NDUWUMUKAMA
•	MVP : Caren NOPEN w’umurwi wa Muzinga. ABAGABO •	Meilleur serveur : Richard NIYONGABO w’umurwi wa Rukinzo
•	Meilleur réceptionneur : INGABIRE Evrard  w’umurwi wa Rukinzo
•	Meilleur attaquant : Dorcel Ami GIRINTSINZI w’umurwi wa Bisoro Volleyball
•	Meilleur passeur : Patrick BIZIMUNGU w’umurwi wa Rukinzo
•	Meilleur blockeur : Eric NDAYIPFUKAMIYE w’umurwi wa Rukinzo
•	Meilleur Libéro : Alain MUVUNYI w’umurwi wa Amical
•	MVP : Jackson GOODLUCK w’umurwi wa Rukinzo.
Uko inkino zo k’umusi wa 11 w’ihiganwa rya primus ligue zagenze
UKO INKINO ZO K’UMUSI WA 11 W’IHIGANWA RYA PRIMUS LIGUE ZAGENZE 	Inter Star 3-1 Les Lierres
	Rukinzo F.C 1-0 Ngozi City
	Olympic Star 3-3 Atletico Academy
	Kayanza United 2-1 Aigle Noir
	Musongati F.C 0-0 B.S Dynamik
	Bumamuru F.C 5-2 Vital’O F.C
	LLBS4A 0-2 Flambeau du Centre
	Messager Ngozi 0-0 Bujumbura City URUTONDE MFATAKIBANZA RW’UKO IMIRWI  IRUSHARUSHANYA AMANOTA INYUMA Y’UMUSI WA 11 W’IHIGANWA RYA PRIMUS LIGUE 2019-2020
1.	Flambeau du Centre 25 points
2.	Messager Ngozi 24 points
3.	Musongati 21 points
4.	Bumamuru 19 points
5.	B.S Dynamik 17 points
6.	Vital’O 16 points
7.	LLBS4A 14 points
8.	Buja City 13 points
9.	Kayanza United 12 points
10.	Olympic Star 12 points
11.	Rukinzo 11 points
12.	Atletico Academy 11 points
13.	Inter star 11 points
14.	Aigle Noir 11 points
15.	Les Lierres  7 points
16.	Ngozi City 4 points Tukabamenyesha ko mugihe imigwi inganya amantota, baca baraba igene yatsindanye munkino yahuye.
BASKETBALL : Ukunyinyurana hagati ya febabu n’abarongoye les gazelles
Inyuma yaho batsindiwe urukino rwambere na Equity yo muri Kenya, umurwi waserukiye Uburundi, wari witeze gushira inguvu m’urukino rwari kubahuza n’umurwi wa APR waserukiye igihugu c’Urwanda mu rukino rwa kabiri. Imbere y’urwo rukino, umurwi les Gazelles waje guhanishwa gutsidwa impaga « forfait » na FIBA (Fédération International des Associations de Basketball), ndetse n’ihadabu ringana n’amafaranga 4000 vy’amadolari y’abanyamerIka, harimwo amadolari 3000 kubera ko uyo murwi ata mu hagarikizi mpuzamakungu watwaye, ni 1000 c’idolari ko ata muganga yahaserutse, vyatumye haba impari no kwagirizanya hagati ya FEBABU (Fédération de Basketball du Burundi) n’uburongozi bw’umurwi wa les Gazelles.
Nkuko amategeko y’iryo mpuzamashirahamwe FIBA avyerekana, umurwi wose witabira iryo higanwa rya Zone 5, utegerezwa kugenda witwaje umuhagarikizi mpuzamakungu yemewe na FIBA, hamwe n’umuganga akurikirana amagara y’abakinyi, ayo mategeko akerekana ko umurwi utaba ukwije ivyo bisabwa uca uhanishwa ihadabu ringana n’amafaranga 3000 vy’amadolori k’umuhagarikizi n’amafaranga 1000 c’idolari k’umuganga. Mu kiganiro yahaye abanditsi n‘abamenyeshamakuru, Augistin Kararuza arongoye Febabu, amenyasha ko umurwi wa les Gazelles wamenyeshejwe kugihe ibisabwa na FIBA : « kuva itariki 14 myandagaro turonse urupapuro rwa FIBA rusaba umurwi wabaye uwambere kwitabira ihiganwa rya Zone 5, twaciye tubimenyesha umurwi wa les gazelles ndetse tubabwira nibisabwa vyose kugira bitabire iryo higanwa, harimwo umuhagarikizi mpuzamakungu ndetse n’umuganga ». Arabandanya ati : « twebwe ico twakoze, twandikiye ikete ministère atujejwe k’igenekerezo rya 10 nyakanga, kugira tubaronse Ordre de Mission. Tumubajije icatumye Febabu rireka umurwi wa les Gazelles udakwije vya ngombwa, Augistin Kararuza yishuye ati : « baraduhishije umusi bazogirako, kubwivyo, ivyashikiye les Gazelles, uyo murwi utegerezwa kuriha amahera yose kubera barazi ko fédération atamahera dufise, kanatsinda  imirwi yonyene niyo izi uko yitunganya mu vyerekeye ivyuburyo, twebwe turiha iyo ari umurwi nserukira gihugu wagize ikibazo gusa ». Ku ruhande rwabarongoye umurwi wa les Gazelles, Jean Paul Rukerintore agira ati : « Nta mu hagarikizi mpuza makungu twitwaje kuberako mw’ikete twaronse rya FIBA handitse ko umuhagarikizi atangwa , akarihirwa vyose n’ishirahamwe ribarongoye FEBABU ». Arongera ati :« tumaze kubona ko ataburyo bukwiye dufise, twarasavye uwurongoye Febabu kwandikira ikete abo muri Fiba ko umurwi les gazelles utokwitabira iryo higanwa mugabo ntiyatwemereye ». Ku ruhande rwa Lyne Curie Muco, yaserukiye umurwi wa les Gazelles mu gihugu ca Tanzania, asigura ko izo ngorane zose arizo zatumye uyo mugwi utsindwa na Equity ku manota menshi ndetse akagiriza uwurongoye Febabu ko ariwe abituma vyose : « yarahamagaye i Dar-ES-Salam abasaba ko tutokina urwo rukino, FIBA ica itumenyesha ko abakinyi badashobora kwinjira mu kibuga tutarerekana umuhagarikizi hamwe numuganga. Urukino rwarahagaritswe incuro zirenzi zibiri vyatumye abakinyi bacika intege kuko babona ko hari ikitagenda neza ». Kuri urwo rugendo, umurwi wa les Gazelles waronse uburyo butanzwe nibiro vy’Umukuru w’Igihugu bungana n’amafaranga 7500 vyama dolari, amafaranga 1000 ci dolari atanzwe na Banki nkuru y’Igihugu n’amafaranga 500.000 FRbu atanzwe na Fonds pour la promotion de l’habitat Urbain. Yose hamwe agaca aba hafi ama dolari 8.700 hari hategekanijwe ama dolari 11.150 kugira urugendo rugende neza. Tukabamenyesha ko ari ubwoba bukomeye ku bakunzi b’umupira w’amaboko ngaha mu Burundi, bakibazako, uko kutavuga rumwe hagati yabarongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaboko Basketball ndetse n’abarongoye umurwi wa les Gazelles bishobora gutuma urwego Basketball yarigezeko rusubira inyuma cane.
Umukinyi w’umurundi Tchabalala yakinira umurwi wa Bugesera F.C yerekeje muri A.S Kigali
Umusatirizi w’Intamba mu Rugamba Shabani Hussein "Tchabalala" yari amaze umwaka umwe akinira umurwi wa Bugesera F.C mu gihugu kibanyi c’Urwanda, agiye gukinira imyaka ibiri umurwi wa A.S Kigali
wo muri ico gihugu nyene c’Urwanda.
Umukinyi Tchabalala asanzwe ari hano mu Burundi, yashize umukono ku masezerano yo gukinira umurwi wa A.S Kigali hakoreshejwe ubuhinga bwa none inyuma yaho abarongoye umurwi wa A.S Kigali bumvikanye n’uwusanzwe akurikirana ibikorwa vy’uwo mukinyi. Tchabalala yatsindiye umurwi wa Bugesera F.C ibitsi 13 muri uyu mwaka w’inkino wa 2019/2020, akaba yari afise amasezerano yo gukinira uyo murwi umwaka umwe, amasezerano yasinye mw’ici riheze rya 2019. Umurwi wa A.S Kigali usanzwe wegukira igisagara ca Kigali, uyu mwaka ubandanya wiyubaka. Tchabalala aje yiyongera ku bandi bakinyi baguzwe muri uku kwezi kwa Ndamukiza nka Kayitaba Jean Bosco, Ndekwe Félix n’Umunya-Nigeria Orotomal Alex. A.S Kigali yasinyishije kandi umusatirizi wo k’uruhande rw’iburyo, Rugirayabo Hassan, ndetse yongera amasezerano umukinyi Rusheshangoga Michel. Shabani Hussein Tchabalala agiye gukinana na bagenzi biwe b’abarundi nka Kwizera Pierrot atarakinira urukino na rumwe muri A.S Kigali inyuma imvune yagize mu ntango za shampiyona y’uyu mwaka w’inkino. Tukabamenyesha ko umukinyi Tchabalala yagiye mu gihugu c’urwanda mu mwaka wa 2016, aguzwe n’umurwi w’Amagaju F.C, yakiniye kandi umurwi wa Rayon Sports mu mwaka wa 2018 ndetse yari umwe mu bakinyi bawufashije kugera ku ntsinzi y’ihiganwa rya CAF Confederation Cup. Inyuma yaho yaguzwe n’umurwi wa Baroka F.C wo muri Afrika y’Epfo, ahava aja mu murwi wa Coffee Sports Club wo muri Etiyopiya mu mwaka wa 2019.
ISOZERWA RY’IHIGANWA RIHUZA UBUSHIKIRANGANJI BUTANDUKANYE MU BURUNDI
Kuri uyu wa kabiri i genekerezo rya 12 Rusama niho hasozerwa ihiganwa rihuza ubushikiranganji butandukanye ry’umwaka 2019-2020 ritunganywa n’ubushikiranganji bw’inkino n’imicokama mu Burundi. Mu mupira w’amaguru, urukino rwanyuma rwatanguye igihe c’isaha umunani zo k’umuhingamo rwahuje ubushikiranganji bw’ubutungane n’ubushikiranganji bw’ikigega ca Leta, rwarangiye ubushikiranji bw’ubutungane butahukanye igikombe mu gutsinda igitsindo kimwe k’ubusa bw’ubushikiranganji bw’ikigega ca Leta. Mu nkino z’amaboko zabereye ku bibuga vya Parike igihe c’isaha umunani n’igice, mu rukino rwanyuma rwa Volleyball, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no gukurikirana abahoze k’urugamba nibwo bwatahukanye igikombe butsinze iseti 3 kuri 1 y’umushikiranganji bwo hagati mu gihugu. K’urundi ruhande, mu rukino rwa Basketball, ubushikiranganji bw’inyigisho zisumbuye n’ubushakashatsi n’ibwo bwatahukanye igikombe butsinze ubushikiranganji bw’ubutungane ku manota 48 kuri 34 y’ubushikiranganji bw’ubutungane. Mw’ijambo umunyamabanga ntayegatezwa m’ubushikiranganji bw’inkino n’imicokama yashikirije, yashimiye abarongoye ubushikiranganji butandukanye mu Burundi ku ruhara bagize kugira izo nkino zigende neza mu gutanga abakinyi ndetse aranashimira abantu bose bagize ico bakora kugira izo nkino zirangire ata ngorane nimwe ibaye. Tukabibutsa ko izo nkino zasozerewe n’itangwa ry’ubushimwe ku mirwi yose yitabiriye iryo higanwa harimwo n’ibikombe ku mirwi yabaye iya mbere.
Football : Umuririmvyi "Diamond Platnumz agiye gukora ibikomeye mu mupira w’amaguru muri Tanzaniya.
Mu mwaka urangiye wa 2019, umuririmvyi "Diamond Platnumz" yamenyesheje ko afise inyota yo gutanguza mu gihugu ca "TANZANIYA" ikigo cigisha umupira w’amaguru (Football) afadikanije n’umunyafrika w’igihangange muri urwo rukino ariwe "Samuel Eto’o fils". Buke Buke, indoto yiwe igiye kuba ukuri.  Kuri uyu wa kane i genekerezo rya 27 Ruhuhuma mu masaha yo mugitondo, abagize Umugwi ushinzwe gukurikirana ibikorwa vy’uwo muririmvyi, batunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru, aho bamenyesheje ko hagiye gutanguzwa ihiganwa ry’umupira w’amaguru ryiswe "KIVUMBU CUP 2020" mu ntumbero yo gufasha urwaruka rwo muri tanzania guteza imbere impano yarwo hamwe no kurumenyekanisha mu makungu. Abicishije k’urubuga rwa "Instagram", Diamond yagize ati :" Imana yaraduhezagiye iduha ubushobozi butandukanye yongera iduha n’imigenderanire hirya n’ino kw’isi. Nkuko rero dusanzwe turi urwaruka, twakuriye mu buzima bugoye, mu makaritiye, dushaka turabe ko ubwo bushobozi twobukoresha neza bivanye n’uburyo dufise kugira ngo dufashe incuti zacu twakuranye mu kibano. Uyu musi, twatanguje icese ihiganwa "KIVUMBI CUP" kubera twizeye ko mu kibano, hariho urwaruka rwinshi rufise impano ariko bataronse amahirwe yokwereka isi ico bashoboye. Ndizeye ko iri higanwa rizokwugururira imiryango mu makungu urwaruka rufise impano mu mupira w’amaguru. Ico nsaba abamenyereza ni iki : "Iri higanwa rizoba ririko rirakurikiranwa hafi n’abantu batandukanye kw’isi. Ndabasavye mugerageze mushire imbere abakinyi bafise impano vy’ukuri kugira ngo ejo baze baduserukire mu makungu. KIVUMBI, ni ijambo ry’igiswahili risigura inkungugu (Ivumbi), KIVUMBI CUP rero ni ihiganwa ry’urwaruka rwakuze rukinira mu munkungungu (mw’ivumbi). Ubu rero ni akaryo ruronse kugira ngo rwerekane impano yarwo kukibuga gifise umusezero wa kijambere (Terrain synthetique).
Urupfu rwa "Kobe Bryant" rutumye umukino wa basketball utakaza umukinyi rurangiranwa muri kahise kawo
Uwo mukinyi w’icamamare yahoze akina mu murwi wa "Los Angeles Lakers" n’umurwi nserukiragihugu wa Leta zunze ubumwe bwa Amerika U.S.A,  ku myaka 41 yahitanywe n’isanganya ry’indege yo mu bwoko bwa kajugujugu (helicoptère) aho yarikumwe n’abantu umunani harimwo n’umukobwa wiwe Gianna.
Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 26 Nzero 2020, umukinyi rurangiranwa muri Basketball yaritavye Imana ahitanwe n’isanganya ry’indege yiwe yitwa "Mamba Chopper" yaramaze igihe kitari gito akoresha mu kwiyunguruza. Iryo sanganya rikaba ryabereye mu burengero bw’intara ya "California" mu misozi ya carabassa. Iyo ndege ikaba yahitanye abantu 9 harimwo uwo mukinyi Kobe Bryant n’umukobwa wiwe Giannaw’imyaka 13. Kobe Bryant yakurikiye amakanda y’umuvyeyi wiwe yabaye nawe icamamare muri basketball, Kobe akaba yatanguriye ivyo gukina mugihugu c’Ubutaliyano, aho yaciye gato muri "Mulhouse" imbere yuko aja mw’ishure ryisumbuye mu ntara ya  "Philadelphia", aho yabaye umunyeshure mwiza mu gihugu cose ca Leta zunze ubumwe bwa Amerika U.S.A (Meilleur Lycéen du Pays) ku myaka 17 yaciye yiyandikisha muri  "Draft N.B.A" aho yaciye atorwa ku kibanza ca 13 n’umurwi wa  "Charlotte Hornets", aho yaciya ajanwa bidatevye muri "Los Angeles Lakers" umwe mu mirwi yarikomeye ico gihe. Umukinyi wo ku rwego rwa "Michael Jordan", Kobe Bryant yaciye yironkera ikibanza muri Lakers yahavuye aronka ibikombe  3 hagati y’umwaka wa 2000 na 2002, ico bita "Triple Champion N.B.A" ku myaka 24. Urupfu rwa Kobe Bryant n’umwana wiwe Gianna rukaba rwababaje abantu batari bake uhereye ku bakunzi ba Basketball, abategetsi batandukanye nk’uwahoze atwara igihugu ca Leta zunze ubumwe bwa Amerika "Barack Obama", abakinyo nka Lionel Messi,Neymar Junior ndetse na Luis suarez aho bagiye baragira amajambo bashikiriza ku mbuga ngurukana bumenyi
FOOTBALL : uko inkino zigice ca kabiri c’ihiganwa primus ligue burundi zagenze
Kuri uyu wa gatandatu i genekerezo rya 4 no kuw’Imana i genekerezo rya 5 Nzero 2020, niho hatangura inkino za mbere z’igice ca kabiri, ukaba n’umusi wa 16 w’ihiganwa rya Primus Ligue Burundi umwaka wa 2019-2020. Inyuma y’uwo musi, umurwi wa Musongati wo mu ntara ya Gitega niwo wabaye urafata isonga ivyimfatakibanza n’amanota 33, akaba ari inyuma yo gutsinda umurwi wa les Lierres bica bituma Musongati ifata ikibanza ca mbere  umurwi wa Messager_Ngozi wari umazemwo imisi bagitakaje batsinzwe n’umurwi wa LLBS4A.
Uko inkino zagenze :
Kuwa gatandatu i genekerezo rya 4 Nzero : •	Rukinzo F.C 1-1 Aigle Noir F.C ;
•	Flambeau du Centre F.C 0-0 Buja City F.C ;
•	Ngozi City F.C 3-0 Bumamuru F.C ;
•	KayanzaUnited F.C 1-1 Athletico Académie F.C. Kuw’Imana i genekerezo rya 5 Nzero : •	Vital’O F.C 0 - 1 Burundi Sport Dynamik ;
•	Musongati F.C 3-1 Les Lierres F.C ;
•	MessagerNgozi F.C 0-1 Lydia Ludic Burundi F.C. M.N : Mu ntara ya Muyinga, umurwi wa Olympic Star F.C watsinze impaga (forfait) umurwi wa Inter Stars F.C bivanye nuko abakinyi bamwe bamwe batari bakwije impapuro zibaha uburenganzira bwo gukinira uwo murwi wa Inter Stars.
BASKETBALL(ACBAB) : Gusozera ibikorwa vy’umwaka wa 2018-2019
Ishirahamwe ry’umupira w’amaboko i Bujumbura (ACBAB),ryarateguye inkino zizoba mu mpera z’ino ndwi kuri uyu w’Imana i genekerezo rya 29 Kigarama uyu mwaka ku kibuga c’Ubushikiranganji bw’inkino n’imicokama " Département".
Izo nkino zateguwe  mu ntumbero yo gusozera ibikorwa iryo shirahamwe (ACBAB) ryaranguye muri uno mwaka w’inkino wa 2018-2019. Urukino rwa mbere ruzotangura igihe c’isaha zitatu zo mugitondo (9h), rukazohuza imirwi ibiri y’abawigeze ariyo " Shinning Club" izohura n’umurwi wa " Champion" mu rukino rwanyuma. Urukino rwa kabiri ( Super Coupe) ruzotangura igihe c’isaha zitanu zo mugitondo (11h), rukazohuza imirwi ibiri yabasore isanzwe iri muri iryo shirahamwe, umurwi wa "Ghymkana" watahukanye igikombe c’umupira w’amaboko i Bujumbura uzohura n’umurwi wa " Dynamo " watahukanye igikombe c’umupira w’amaboko ku rwego rw’igihugu. Dieudonné GIRUKWISHAKA, icegera c’uwurongoye ACBAB, aratumirira abarundi bose na cane cane abakunzi b’umupira w’amaboko i Bujumbura kuza ari benshi kuraba izo nkino zizoba zibereye ijisho, ukwinjira akazoba ari amafaranga 2000 mu bwugamwo bw’iteka n’amafaranga 1000 kumpande z’ikibuga.
FOOTBALL : ibihugu nka R.D.C na ETIYOPIYA ntibicitabiriye ihiganwa rya CECAFA senior challenge cup
Mw’ihiganwa rya CECAFA SENIOR MEN CHALLENGE CUP 2019 rigiye kubera mu gihugu ca UGANDA kumagenekerezo ya 7 gushika 19 Kigarama uyu mwaka, ibihugu nka Republika iharanira Demokarasi ya Congo (R.D.C) na Etiyopiya vyamaze kumenyesha ko bitakicitabiriye iryo higanwa rya CECAFA (Conseil des Fédérations de Football d’Afrique de l’Est) risigaje imisi  ine (4) kugira ritangure.
Kuva ivyo bihugu bimenyesheje ko bitazokwitabira iryo higanwa, ntamvo iramenyekanya yatumye bisiba, mugabo amakuru ava mubariko bategura iryo higanwa, bamenyesha ko R.D.C nq Etiyopiya vyoba vyabuze uburyo bwo kwitabira iryo higanwa rya CECAFA na cane cane mu kurihira amatike y’indege imirwi yabo, kuko umurwi wose uzoshika mu gihugu c’Ubuganda CECAFA niyo ica iriha uburyo bwose gushika iryo higanwa rirangire. Isiba ry’igihugu ca Etiyopiya ryatumye haba impinduka ku kirangamisi cari gitegekanijwe muri iryo higanwa. Mwitsinda rya A, haca hasigaramwo ibihugu bitatu arivyo(Uganda yatunganije iryo higanwa, Uburundi na l’Eritreya). K’urundi ruhande, igihugu ca R.D.C cashaka kwifashisha iryo higanwa mu ntumbero yo gutegura ihiganwa rya CHAN 2020 rizoba mu kwezi kwa kane mu gihugu ca CAMEROUN. Itsinda ryarimwo igihugu ca Republika Iharanira Demokarasi ya Congo (R.D.C) naho nyene hakaba habaye impinduka, kuko hasigaye ibihugu nka (Soudani yamaja epfo, Soudani n’igihugu ca  Somalie). Tukabamenyesha ko ata mpinduka zabaye mwitsinda rya C hasanzwe harimwo ibihugu nka  (Kenya, Tanzanie, Djibouti na Zanzibar).
MUSIC : Ihiganwa ryo gutamba ryatunganijwe na bantubwoy entertainment
Umuryango wa BANTUBWOY ENTERTAINMENT, uhurikiwemwo (Abaririmvyi, Abahinyanyuzi ndetse n’abandi), wifadikanije nishirahamwe TOKYO BUSINESS CENTER, barabateguriye kuri uyu wa 13 Kigarama uyu mwaka, ihiganwa ryo gutamba rizohuza imirwi myishi  itandukanye. Iryo higanwa rikazobera mu gisagara ca Bujumbura kw’ibarabara bitiriye OUA, ahasanzwe hakorera ishirahamwe AMSAR munsi y’isoko bita kwa SIYONI. Iryo higanwa rikazoba mu mice igera kuri 3 : 1.	Kuva igenekerezo rya 28 Munyonyo gushika 9 Kigarama, azoba ari ukwiyandikisha.
2.	Igenekerezo rya 10 na 11 Kigarama, azoba ari ugukurakuranamwo.
3.	Igenekerezo rya 13 Kigarama, azoba ari umusi w’ihiganwa ryanyuma (Finale). Tukabamenyesha ko imirwi 3 izoba yabaye iyambere muri iryo higanwa, izoronka amahirwe yo gutahukana ubushimwe : 1.	Ibahasha ingana 200.000 Fr k’umurwi uzotahukana ikibanza ca Gatatu ;
2.	Ibahasha ingana 400.000 Fr kumurwi uzotahukana ikibanza ca Kabiri ;
3.	Ibahasha ingana 800.000 Fr kumurwi uzotahukana ikibanza ca mbere. Uwo muryango wa BANTUBWOY ENTERTAINMENT, urabandanya uhimiriza imirwi yose yo gutamba kuza kwiyandikisha kubwinshi ndetse ukanabibutsa ko bafise n’igiteramo igenekerezo rya 14 Kigarama uyu mwaka. K’uwufise ico abaza ashobora kwakura kuri 61 696 950 canke kuri 75 424 688.
Ibihugu nka zambie, R.D.C n’urwanda nivyo bigiye kwitaba Rallye y’ingozi ku ncuro yayo ya kane
Kuma genekerezo ya 7 na 8 Kigarama uyu mwaka, i ntara ya ngozi igiye kwakira rimwe mu ma higanwa akunzwe cane ngaha mu gihugu c’Uburundi, ariryo higanwa ryo gusiganwa n’imiduga bita « RALLYE de Ngozi » ku ncuro yaryo igira kane, ritunganywa na « Club Automobile du Burundi » buri mwaka. Urukino rwo gusiganwa n’imiduga « RALLYE », rukaba rwatanguye ngaha mu gihugu cacu  mu mwaka wa 1962, aho Uburundi bwahora bwakira inkino za Afrika zo gusiganwa n’imiduga,mugabo rigenda guhagarara mu mwaka wa 1993 bivanye n’ibihe igihugu  cariko kiracamwo. Niko gusubira gutangura mu mwaka wa 2013, ritangurana na Rallye yo mu ntara ya Ngozi ku ncuro yaryo ya mbere ritunganijwe n’ishirahamwe « Club Automobile du Burundi » risanzwe ritunganya ayo ma higanwa. Iryo higanwa ryarakunzwe cane muri uwo mwaka wa 2013, vyatumye risubira gutunganywa mu mwaka wakurikiye wa 2014 mu ntara ya Ngozi ku ncuro ya kabiri, mugabo riza gusubira kandi guhagarara uyo mwaka nyene gushika mu mwaka wa 2018, aho ryasubira gutunganirizwa i Ngozi ku ncuro yaryo ya gatatu ndetse riza gutahukanwa n’umurwi wa MOMO RALLYE TEAM wari urongowe n’umudereva ROSHANALI Abbas Mohamed benshi bita MOMO, aho yariko akoresha imodoka yo mu bwoko bwa SUBARU IMPREZA. Uyu mwaka wa 2019 mu kwezi kwa Kigarama, niho hagiye gutunganywa ihiganwa rya Rallye mu ntara ya Ngozi ; rizoba ribaye irya 3 mu ma higanwa atunganywa buri mwaka, inyuma ya Rallye yabereye mu kiyaya c’Imbo yabaye mu kwezi kwa Ntwarante na Rallye yabereye mu ntara ya Gitega, yabaye mu mpera z’ukwezi kwa Myandagaro. Iryo higanwa rikazoba ribaye Rallye y’Ingozi igira kane kuva ryatangura mu mwaka wa 2013. Iryo higanwa rya Rallye y’Ingozi rizokwitabwa n’abanonotsi batandukanye tutari tumenyereye, nkabazova mu gihugu ca Zambia nk’umurwi wa DIRTSTAR RALLYE TEAM ugizwe na SINGH Muna Junior arikumwe na SUTHERLAND Adrian n’imodoka yabo iri mu bwoko bwa SUBARU IMPREZA N16, abavuye mu gihugu ca Republika iharanira Demokarasi ya Congo R.D.C ariyo murwi MAKAYA RALLYE TEAM ugizwe na MAKAYA AMIGO Felikini arikumwe na SALIM Bilal n’imodoka yabo iri mu bwoko bwa PEUGOT 205, uwusanzwe yitabira amahiganwa yo mu gihugu c’Ububirigi GIANCARLO Davite arikumwe na VINDEVOGEL Sylvia n’imodoka yabo iri mubwoko bwa MITSUBUSHI EVO X, Abanyarwanda ndetse n’Abarundi. Tukabamenyesha ko iryo higanwa rya Rallye y’Ingozi, uyu mwaka rizoba amasaha yo k’umugoroba, ibitari bimenyerewe ngaha mu gihugu cacu c’Uburundi ndetse kuva mu mwaka uza wa 2020 rikazotangura kwakira amahiganwa mpuzamakungu yo mu karere yitwa EAST AFRICAN RALLYE CHAMPIONSHIP azobera ku bibuga vyo mu VYERWA mu ntara ya Ngozi.
FOOTBALL : Urutonde rw’abakinyi bagiye muri tanzaniya
Inyuma y’indwi zigera kuri zitatu bari mu myimenyerezo yabereye mu bigo vya« Centre Technique National » vy’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB), abakinyi 19 b’umurwi nserukiragihugu w’abigeme barikumwe n’umurwi ubaherekeje, barafashe urugendo bagana i gisagara ca Dar-Es-Salam mu gihugu ca Tanzaniya, aho bagiye guserukira Uburundi mw’ihiganwa rya "CECAFA Senior Women Challenge Cup" rizotangura itariki ya 14 gushika  23 Munyonyo 2019.
Urutonde rw’abakinyi batowe : 1.	Irakoze Jeanine
2.	Nzeyimana Adidja
3.	Ndoreraho Belinda
4.	Nahimana Nasra
5.	Bukuru Rachelle
6.	Kamwemwe Gynette
7.	Uwineza Djazila
8.	Keza Angelique
9.	Irankunda Charlotte
10.	Nahimana Esta
11.	Bukuru Joelle
12.	Asha Djafari
13.	Manishimwe Evelyne
14.	Sakina Saidi
15.	Niyonkuru Sandrine
16.	Uwimana Aniella
17.	Sibomana Allyah
18.	Irakoze Ladouce
19.	Suzane zilfa Abaherekeje uyo Murwi : 1.	Kanyange Marie Goreth : Arongoye Urugendo (Chef de mission).
2.	Honorable Gloriose Ndayizeye : Aserukiye FFB.
3.	Niyibimenya Daniella : Umumenyereza Mukuru (Coach Principale).
4.	Ininahazwe Belyse : Icegera cumumenyereza (Coach Adjoint).
5.	Peter Ismail Brenda : Umumenyereza wabanyegori (Coach des gardiens).
6.	Dr Munezero Annick : Umuganga (Médecin).
7.	Masiyi Fanny : Agorora imitsi (Kinésithérapeute). Tukabamenyesha ko Uburundi buzohura mu rukino rwa mbere na Zanzibar i genekerezo rya 14 Munyonyo 2019, igihe c’isaha umunani zo k’umuhingamo (14h00) amasaha yi Dar-Es-Salam, hamwe na Tanzanie mu rukino rugira kabiri kw’igenekerezo rya 16 Munyonyo, igihe c’isaha cumi n’iminota mirongo itatu (16h30). Urukino rwa gatatu, umurwi nserukiragihugu w’Uburundi ukazohura n’igihugu ca Soudan y’epfo i genekerezo rya 18 Munyonyo,igihe c’isaha umunani (14h00), amasaha yi Dar-Es-Salaam.
Football : Bonfils Caleb abandanya avyifatamwo neza mu gihugu ca Lithuaniya
Umusatirizi w’Intamba mu rugamba BIMENYIMANA Bonfils Caleb , yaciye mu mirwi nka Vital’o FC ( Burundi) , Rayon Sport( Rwanda ), Riga FC( Lettonie) uyu mwaka akaba akina mu murwi wa Atlantas mu cicaro cambere mugihugu ca Lithuanie , yaraye atowe mu murwi wabakinyi 11 bigenjeje neza mu mpera z’iyi ndwi muriryo higanwa ryo mu cicaro ca mbere mugihugu ca Lithuaniya,ni inyuma yaho uwo musatirizi w’umurundi Caleb Bonfils afashije umurwi wiwe mu gutsinda igitsindo murukino rwabahuje na FK Paheve aho vyarangiye ari (1-1). Tukabibutsa yuko uyo murwi wa Atlantas FC wari witabiriye uyu mwaka inkino zo gukurakuranamwo barondera itike yo kuja mugikombe ca Europa Ligue gikinirwa ku mugabane wa buraya.
FOOTBALL : Aigle noir (u-17) ugiye kwitabira ihiganwa ry’amashure y’amaguru mu burundi
Mu ntumbero yo gushira mungiro imigambi bihaye kurangura gushika mu mwaka wa 2026, uwurongoye umurwi wa Aigle Noir, Réverien NDIKURIYO, aramenyesha ko umurwi wiwe wa Aigle Noir wabakiri bato batarashikana imyaka 17(U-17), uzokwitabira ihiganwa ryo k’urwego rw’igihugu (Championnat national) rizohuza amashure y’umupira w’amaguru (Académie de football) rizoba kumagenekerezo ya 1,2 na 3 munyonyo uyu mwaka. Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rifadikanije na Fondation Pax Burundi bakaba aribo batunganije iryo higanwa,bakanasaba amashure meshi kuza kwiyandikisha muriryo higanwa babicishije ku mashirahamwe y’umupira wamaguru mu ntara baba bakoreramwo. •	Ubushimwe butandukanye buzogenda butangwa : 	Uwa mbere : Igikombe+2.000.000 Fbu+ Imipira 8 ;
	Uwa kabiri : 1.500.000Fbu+Imipira 6 ;
	Uwa gatatu : 1.000.000Fbu + Imipira 4 ;
	Uwa kane : 750.000Fbu+ Imipira 3. Tukabamenyesha ko buri murwi uzokwitabira iryo higanwa uzoronswa imipira 2 yo gukoresha muriryo higanwa.
Jules ulimwengu agiye kwerekeza mugihugu c’ubushinwa
Umukinyi w’umurundi yabiciye bigacika m’umwaka uheze mw’ihiganwa ryo mugihugu c’Urwanda" Azam   Rwandan Premier League" Jules ULIMWENGU , yasezeye ico gihugu kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 22 gitugutu uyu mwaka.
Ulimwengu Jules yaciye mu mirwi itandukanye ngaha m’Uburundi, abona kuja mugihugu c’Urwanda mu murwi wa SUNRISE, ninaho yaje kuvyifatamwo neza aca agomwa numwe mu mirwi ikomeye ngaho mugihugu c’Urwanda Rayon Sport aje nk’umusubirizi w’umusatirizi Bonfils Caleb BIMENYIMANA yaragiye mugihugu ca Letoniya, niho yavyifatamwo neza mu kuba umukinyi yatsinze ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa ryo ngaho mugihugu c’Urwanda umwaka wa 2018-2019, binamutuma aronderwa n’iyindi mirwi yo muri afrika ndetse no kuyindi migabane. Ulimwengu asezeye uyo murwi wa Rayon Sport agaruka ngaha mugisagara ca Bujumbura, inyuma yaho aburiye ivya ngomba kugira abandanye aba mugihugu c’Urwanda. Nkuko tubikesha ibinyamakuru vyo mugihugu c’Urwanda, uyo mukinyi akaba agiye kwerekeza mumurwi wo mugihugu c’Ubushinwa, aho umurwi wa Rayon sport yakinamwo uzoca uhabwa amadorari ibihumbi 50 nkuko amasezerano yarafitaniye n’uwo murwi yabivuga.
FOOTBALL : Tugiye kugarukana umupira w’amaguru i bujumbura
Kuruyu wa mbere igenekerezo rya 21 gitugutu 2019, mu nyubakwa za kaminuza yitiriwe amahoro no gusubiza hamwe bita kwa Rukara, niho umurwi w’umupira wamaguru INTER STAR wari waramutse ukora ikoraniro kaminuza rya bose mu ntumbero yo kwerekana inzego zishasha zigiye kurongora uyo murwi.
Mu majambo yagiye aravurwa, uwatowe ngo arongore uyo murwi wa Inter Star Déo  NGENDAHAYO, yashimiye abitabiriye iryo koraniro bose, anashimira abamutoye bose : « gusubira gutorwa ngo ndongore uno murwi, numurimo usaba kwicara ukiyumvira cane,mugabo urukundo nkunda Inter Star, rwatumye nsubira kwemera aya mabanga kanatsinda uno murwi ni nk’umwana wanje ». Yarongeye arakengurukira abarongoye iyindi mirwi isanzwe ikinira ngaha mugihugu cacu ukuntu bitavye akamo ko kuza kubashigikira, aho yashimiye cane uwusanzwe arongoye umurwi wa vital’o : « ndashimiye cana umukuru w’umurwi wa vital’o Seif Jamal yaje kudushigikira. Umurwi wa vital’o, numwe mu mirwi dusangiye ibintu vyinshi cane harimwo niterambere ry’umupira w’amaguru ngaha mu Burundi ». Arongera ati : « Inter Star na Vital’o, n’imirwi yo mugisagara ca Bujumbura, mwarabonye urukino ruherutse kuduhuza ingene rwari ruteye igomwe, turifuza ko umupira w’amaguru ngaha mu Burundi twosubira kuwukomeza ngaha mu gisagara ca Bujumbura biciye kuriyi mirwi yacu uko ar’ibiri, kuko muriyi myaka itanu iheze, umupira usigaye ukunzwe cane hagati mu gihugu kanatsinda n’ibikombe vyose niyo bija ». Ku migambi mishasha yihutirwa agiye kurangurira umurwi wa Inter Star, agira ati : « tugiye kwiruka hose turondera abo twokorana  kugira abakinyi baronke management, bibatuma basinya amasezerano (Contrat), zobafasha gutera baja imbere, mugabo abakinyi bamenye ko ivyo bitazoshika badashizemwo ishika cane cane mukuntu bitwara mukibuga, nibashiremwo inguvu natwe ku ruhande rw’uburongozi tubashigikire ». Yarangije asaba abakinyi b’umurwi wa Inter Star, abakunzi buyo murwi ndetse nabo bafadikanije kurongora uyo murwi, gukomeza cane ubumwe bwamye bubaranga agira ati : « imbere ni heza ». •	Urutonde rw’indongozi nshasha z’umurwi wa Inter Star : 1.	Umukuru wumurwi : Déo NGENDAHAYO
2.	Icegera cambere : Célistin HAKIZIMANA
3.	Icegera ca kabiri : Mustafa KANYABURUNDI
4.	Umunyamabanga : Adidja RAMADAN
5.	Umushinguzi : Abdi MISAGO •	Akanama kinararibonye (Comité des Sages) : 1.	Mzee Radjabu
2.	Mzee Valentin
3.	Mzee Set
4.	Mzee Kasim
5.	Omar NGOWE alias Afya
6.	Amida Sefu •	Akanama karongoye ubuhinga (Direction technique) :
1.	Hussein MBANZA
2.	Kitwa HAKIZIMANA
CHAN2020 : Intamba mu Rugamba zasezerewe na Uganda Cranes
Kumusi wanyuma munkino zo gukurakuranamwo barondera itike yo kuja mugikombe ca Africa c’abakinyi basanzwe bakina mubihugu vyabo (CHAN 2020) kizobera mugihugu ca Cameroun, umurwi serukiragihugu w’Uburundi (Intamba murugamba), waraye usezerewe muriryo higanwa, inyuma yo gutsindwa ibitsindo 3 k’ubusa (3-0) n’umurwi serukiragihugu wa Uganda, murukino rwo gusubiriza rwabaye kuruyu wagatandatu igenekerezo rya 19 gitugutu uyu mwaka, urukino rwambere rwari rwabereye mugihugu cacu rwarangiye uganda cranes uronse intsinzi y’ibitsondo bitatu k’ubusu.  Muzindi nkino zabaye, naho ibihugu nka Maroc yatahukanye ico gikombe mw’ihiganwa riheze, R.D Congo imaze gutahukana iryo higanwa incuro nyishi (2) vyaronse amahirwe yo kubandanya, ibihugu bikomeye nka Nigeria yashitse murukino rwanyuma, Libiya yatahukanye ico gikombe m’umwaka wa 2014, Ghana, Algérie, Sénégal ndetse na Cote d’Ivoire, ntivyaronse amahirwe yo kubandanya. Imirwi 16 igiye kwitabira iryo higanwa mugihugu ca Cameroun akaba ari iyi. 1.	Cameroun
2.	Tanzanie
3.	Uganda
4.	Zambie
5.	Rwanda
6.	Namibie
7.	Maroc
8.	Zimbabwe
9.	R.D Congo
10.	Tunisie
11.	Burkina Faso
12.	Guinée
13.	Niger
14.	Togo
15.	Congo Brazzaville
16.	Mali Tukabamenyeshako igihugu ca Togo azoba ariyo ncuro yambere bazoba bitabiriye ico gikombe ca Africa c’abakinyi bakinira iwabo ndetse, n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru wa Africa (CAF) ritaramenyesha amatariki iryo higanwa rizoberako.
FOOTBALL : Intamba murugamba murugendo bagana ubuganda
Urutonde rw’abakinyi 18 b’Intamba murugamba bafashe urugendo bagana igihugu c’Ubuganda, aho bagiye gukina urukino rwo gusubiriza n’umurwi wa Uganda Cranes, aho akaba ari mu nkino zo gukurakuranamwo barondera itike yo kuja mugikombe ca Afrika c’umupira w’amaguru, c’abakinyi bakina mubihugu vyabo,#CHAN 2020.
Urwo rutonde rukaba rugizwe n’aba bakinyi bakurikira : 1.	RUKUNDO Onésime
2.	RUGERINYANGE Joseph
3.	HARERIMANA Emmanuel
4.	NDIZEYE Eric
5.	AMIN Abdul
6.	NDIKUMANA Faustin
7.	NGABONZIZA Blanchard
8.	NDIKUMANA Asman
9.	URASENGA Cédric Danny
10.	BIGIRIMANA Abedi
11.	GASONGO Benjamin
12.	MASSUD Narcisse
13.	MUSEREMU Iddi
14.	BYAMUNGU Raoul
15.	NDIKUMANA Landry
16.	MAVUGO Cédric Titi
17.	BAYIZERE Olivier
18.	NDAYISHIMIYE Youssouf Nyange Tukabamenyesha ko urwo rukino ruzoba kuruyu wa gatandatu, igenekerezo rya 19 gitugutu uyu mwaka, mukamenya kandi ko urukino rwambere rwari rwabereye aha mugisagara ca Bujumbura kuri stade Intwari, rwarangiye umurwi wa Uganda Cranes utahukanye intsinzi y’ibitsindo 3-0.
BASKETBALL : Dynamo yakira City Oilers yo mubuganda munkino za B.A.L
Nkuko vyamaze kwemezwa k’umusi wa kabiri i genekerezo rya 15 gitugutu i Abijan mugihugu ca Cote d’Ivoire, uko imirwi igiye guhura mw’ihiganwa ryo kurondera i tiket mugikombe ca “Ligue africaine de basketball” kizoba mumwaka wa 2020, umurwi wa Dynamo waserukiye igihugu c’Uburundi waje mw’itsinda rya D aho urikumwe nimirwi nka Partiots wo mugihugu curwanda Hawassa Basketball Club yo mugihugu ca Ethiopia, City Oliers wo mugihugu ca Ouganda, JKT Basketball Club wo mugihugu ca Tanzania na Brave Hearts wo mugihugu ca Malawi.
Izo nkino zigizwe nimirwi 32 igabanganywe mumatsinda 6, ndetse zikazobera mubisagara bitandukanye vyo kumugabane wa Africa, nka Bamako(Mali), Libreville (Gabon), Dar- Es- Salam (Tanzania) na Antananarivo mugihugu ca Madagascar,  aho imirwi ibiri yambere yo muri buri tsinda izoca ibandanya mugice gikurikira. Inkino zimirwi iri mwitsinda rya D hasanzwe harimwo numurwi wa dynamo, zikazobera zose mugisagara ca Dar-es-Salam mugihugu kibanyi ca tanzaniya, aho ubu nabakinyi bose bamaze gushika ndetse  umurwi wa dynamo ukaba ufise urukino rwabo rwambere kuruyu wa gatatu i genekerezo rya 16 gitugutu uyu mwaka numurwi wa City Oilers wo mugihugu c’Ubuganda igihe cisaha cumi nigice zo kumuhingamo amasaha yo muburundi. Tubibutse ko izo nkino zo gukurakuranamwo zatanguye kw’igenekerezo rya 15 gitugutu zikazorangira itariki 3 munyonyo uyu mwaka.
RUGBY : Uburundi munzira igana igihugu ca kenya
Kubibuga vya RFUEA bisanzwe vyakira inkino zitunganywa n’ishirahamwe ry’urukino rwa rugby mu gihugu ca Kenya, niho hagiye kubera ihiganwa rya Safari Sevens rizohuza ibihugu bitandukanye ku magenekerezo ya 18 gushika 20 gitugutu uno mwaka.
Ku ncuro yaryo ya 23, Safari Sevens rugby ukaba umwe mubwoko bw’umukino wa rugby, aho umurwi umwumwe uba ugizwe nabakinyi indwi kandi bakina iminota indwi gusa, bitandukanye na rugby isanzwe ikinwa nabakinyi cumi na batanu bakina iminota mirongo ine,ukaba kandi ari bumwe mubwoko bwa  rugby ikunzwe cane ku mugabane wa Africa. Inyuma y’imyaka igera kuri ndwi iryo higanwa ryarahagaze, ryaje gusubira gutangura muwaka uheze wa 2018, aho ubona ryagiye riraramura urwaruka rwo muri africa rutandukanye.Uno mwaka rigarutse n’inguvu nyishi, aho hatumiwe ibihugu 13 vyiyongera kugihugu ca Kenya ca tunganije iryo higanwa, harimwo Ouganda, Zimbabwe, France, Angleterre, Canada, Etats-Unis, Afrique du Sud, Japon, Ghana, Italie, Russie, Portugal, amazinga ya Samurai yatahukanye iryo higanwa mumwaka uheze ndetse n’igihugu cacu c’Uburundi. Ni muriyo ntumbero kuruyu wa kane igenekerezo rya 15 gitugutu 2019, umurwi nserukira gihugu w’Uburundi wa rugby wafashe urugendo ugana igihugu ca Kenya, aho hanashizwe ahabona urutonde rwabakinyi cumi na babiri bavuye mumirwi isanzwe ikina mw’ihiganwa ryo ngaha mugihugu cacu, ndetse nababaherekeje. Abo nabo akaba ari aba : Abakinyi : 1.	NYANDWI NTARE : Capitaine
2.	NTAMAVUKIRO Saoul : Vice-Capitaine
3.	RUKUNDO Philippe
4.	HATUNGIMANA Yvan
5.	MUNEZERO Bien Aimé
6.	KWIZERA Regis
7.	HATUNGIMANA Trésor Alimas
8.	BIGIRIMANA Abdul
9.	 HAKIZIMANA Blaise Déo
10.	NDIHOKUBWAYO Mike
11.	NIYONKURU Désiré
12.	KAMAREBO Alain Uburongozi : 1.	KAREKEZI Boniface : Coach
2.	NDIKUMANA Innocent : Docteur
3.	NDIKURIYO Gérard : Directeur Technique National Tukabibutsako umurwi serukiragihugu w’Uburundi wa rugby ari umwe mumirwi idakunze kwitabira amahiganwa abera hanze y’ igihugu, rikaba ribaye incuro ya kabiri uyo murwi  witabiriye iryo higanwa rya Safari Sevens ryatanguye mumwaka wa 1996 mugihugu ca Kenya.
TENNIS : Sada Nahimana yatahukana intsinzi yiwe yambere munkino za ITF Tennis
Kumyaka cumi n’umunani gusa, Nahimana Sada abaye umunyafrika wa mbere kuva mu mwaka wa 2007 atsindiye irushanwa rya Lagos Open  Tennis 2019, ririko ribera mugisagara ca Lagos mugihugu ca Nigeria, kuva kwigenekerezo rya 7 gushika 20 gitugutu mu bagore bakina umwe ku giti ciwe. Imvukira yo muri zone Buyenzi mugisagara ca bujumbura, ndetse asanzwe afise nikibanza ca 876, Sada Nahimana yatsinze Laura Pigossi umunyabrézil w’imyaka 25, yaramaze gutwara amarushanwa nk’aya ane (4), inyuma y’imyaka cumi nibiri ata munyafrika numwe asubiriye Chanelle Scheepers , uno wa 14 gitugutu ubaye umusi ntibagirwa ndetse umusi wumunezero kumurundikazi sada nahimana no kugihugu cacu c’Uburundi, inyuma yaho yaramaze kugerageza incuro zitatu muriri higanwa rya ITF World Tennis.   Kuncuro yiwe yambere muriryo hinganwa, Sada Nahimana asize amateka muriryo higanwa kuko yatanguye avyitwaramwo neza kuva rigitangura gushika agera muri kimwe ca kabiri gishira icanyuma aho yatsinze umunya swede Fanny Oslund, akabona gushika murukino rwanyuma yirahira Laura Pigossi benshi baha amahirwe kuma seti atatu kubusa (2-6, 6-4, 6-3) abona gutahukana iri higanwa ryo ku rwego yemewe kw’isi (International Tennis Federation World Tour).   Tubibutsako ariwe mwigeme wenyene w’umunyafrika ari murutonde rwisi muri tennis rwabakinyi 50 aho aza kukibanza ca 15, akaba amaze kwitabira amahiganwa atandukanye aho mumwaka wa 2018 ariho yagiye kumenyekana cane mumahiganwa yagiye aracamwo nka Wimbledon yabakiri bato incuro  2, US Open yabakiri bato incuro 2, French Open yabakiri bato incuro 2, Roland Garros yabakiri bato incuro  2 ndetse na Open Australia yabakiri bato uyu mwaka wa 2019.
Primus Ligue yabandanije 
Mucicaro ca mbere ngaha mu Burundi Primus Ligue, inkino zo kumusi ugira cumi wa championat zabandanije kuruyu wa gatandatu. Imigwi ikaba yatsindanye uku gukurikira : Athletico Academie 1-2 Messager Ngozi Olympic Star 1-2 Flambeau du Centre Ngozi City 1-1 Kayanza United Aigle Noir 1-3 Bumamuru FC LLBS4A 0-0 Musongati F.C Tukabibutsa ko ku musi w’ejo hari habaye urukino rumwe, umugwi wa Burundi Sport Dynamic ukaba wirahiye Buja City kubitsindo bibiri kuri kimwe (2-1). Tukabamenyesha ko kumusi wejo hategekanijwe urukino rukomeye cane kubakunzi bumupira wamagura aha muburundi ruzohuza umurwi wa vitalo ndetse na Inter star.
Inter Stars Vs Vital’0 : Inyuma yumwaka badahura ninde agiye gutahukana intsinzi
Kumusi waryo ugira cumi, ihiganwa ryo mucicaro cambere murukino rw’ umupira wamaguru ngaha muburundi rizobandanya mumpera zino ndwi kumagenekerezo ya 11, 12 na 13 gitugutu uyu mwaka ku bibuga bitandukanye bisanzwe bikinirwako izo nkino. # Inkino zikazoba uku gukurikira  Burundi Sport Dynamique vs Bujumbura City (Stade Intwari) 15h ;  Ngozi City vs Kayanza United (Stade Urukundo) 15h00 ;  Olympic Star vs Flambeau du Centre (Stade Umuco) 15h00 ;  Atletico Academie vs Messager Ngozi (Stade Intwari) 13h30 ;    LLBS4A vs Musongati F.C (Stade Intwari) 16h00 ;  Aigle Noire vs Bumamuru (Peace Park) 15h00 ;  Les Lierres FC vs Rukinzo F.C (Stade Intwari) 13h30 ;
Vitalo F.C vs Inter Stars (Stade Intwari) 16h00 ; Ni muriyo ntembero yo guterera urukino ruzohuza umurwi wa Inter star na vitalo kumusi w’Imana igihe c’isaha icumi (16h), abakunzi b’umugwi wa Vital’o Football Club baratumiwe kwitabira inama idasanzwe yo gutegura urwo rubanza  igihe c’isaha icumi (16h) ku kibuga ca Tempête. Musabwe gushika muri benshi mwumve amakuru atari make y’umugwi ndetse n’imyiteguro y’urukino rwa classico aho igeze .
Gitega na bujumbura nizo ntara zatowe kugira zakire ihiganwa ry’urukino rw’amaboko volley ball
Igisaragara ca Gitega ndetse na Bujumbura nivyo bibanza vyatowe kugira vyakire inkino za kimwe c’umunani gishira icanyuma na kimwe ca kane gishira icanyuma munkino za Volley ball kurwego rwigihugu umwaka 2019-2020 zizoba mumpera yino ndwi kumagenekerezo ya 12 na 13 gitugutu uyumwaka. Nkuko tubisanga murwandiko rwahawe abasanzwe barongoye amashirahamwe matomato, umukuru w’ishirahamwe rya volley ball kurwego rwigihugu GORDIEN Iradukunda amenyesha ko izo nkino zizobera mubisagara bifise ico bisigura mugihugu. Uku niko imirwi izohura mumatsinda ndetse nibibuga bazokinirako : •	Ikibanza c’igitega ku bibuga vya Bataillon Commando Itsinda A 1.	Rukinzo
2.	Christ Roi Itsinda B 1.	Muzinga
2.	Bisoro VB
3.	Etoile du Nord(Kirundo) •	Ikibanza c’ibujumbura ku bibuga vy’igikungu ABASORE Itsinda A 1.	GACOSMOS
2.	Nyabukumba (Vyanda)
3.	Rutegama VB •	Ikibanza co kuri Parquet ABIGEME Itsinda A 1.	Muzinga
2.	New Colombe
3.	Mwaro Itsinda B 1.	Les As
2.	Gender Light Club
3.	Christ ROI
4.	Etoile de Kiremba Tubamenyasha ko kumuce w’abasore, imirwi ibiri yambere muri buri tsinda izoca ihura muri kimwe ca kakiri gishira icanyuma kuruyu w’Imana igenekerezo rya 3 gitugutu, abazotahana intsinzi bace bahura kugira hamenyekane imirwi ibiri yambere yo murico kibanza bazoba bakiniyeko. Kubigeme, imirwi 2 yambera muri buri tsinda izoca ironka uburenganzira bwo gukina icakabiri gishira icanyuma. Tubamenyesha ko inkino za kimwe gishira icanyuma ndetse ninkino zanyuma zizoba kumagenekerezo ya 26 na 27 gitugutu i Bujumbura. Tukabibutsa ko imirwi yose izokwitabira iryo higanwa ari 19 harimwo imirwi 7 yabigeme
Ku ndwi igira 8 w’ihiganwa imirwi yatsindanye gute muri Primus Ligue
Mu nkino zabaye mu mpera z’indwi irangiye ,umurwi wa Ngozi City watsinze umurwi wa Inter Star igitsindo 1 k’ubusa mu gihe umurwi wa Atletico Academy watsinzwe n’umurwi wa Musonagti Fc ibitsindo bibiri kuri kimwe c’umurwi wa Atletico Academy. Murizo nkini nyene z’indwi igira umunani w’ihiganwa rya primus Ligue,umurwi wa Rukinzo Fc watsinze umurwi wa Bujumbura City ibitsindo bitatu kuri bibiri vya Bujumbura City ,umurwi wa Vital’o Fc  utsinda ibitsindo bibiri umurwi wa Olympique Star ,Messager Ngozi utsinda umurwi wa Aigle Noir igitsindo kimwe k’ubusa,mu gihe umurwi wa Les Lierres watsinzwe n’umurwi wa Kayanza United ibitsindo bibiri kuri kimwe. Mu rukino rwahuje umurwi wa B.S Dynamic hamwe n’umurwi wa Flambeau du Centre ,B.S Dynamic watsinze ibitsindo bibiri kuri kimwe ca Flambeau du Centre naho inkino zari guhuza imirwi ya Olympic Star hamwe n’umurwi wa Rukinzo Fc rwungururijwe kw’igenekerezo rya 2 Gitugutu uwu mwaka wa 2019.
CECAFA –U20 :Uburundi bwaronse itike ryo kuja mu gice kane gishira icanyuma
Umurwi nserukiragihugu w’Intamba mu rugamba w’abadashikana imyaka 20 baronse uburenganzira bwo gushika mu gice ca kane gishira icanyuma mw’ihiganwa ryitiriwe CECAFA-U20 ririko ribera mu gihugu ca Uganda kuva kw’igenekerezo rya 21 Nyakanga uwu mwaka wa 2019. Igihugu c’Uburundi kizohura n’igihugu ca Kenya mu gice ca kane gishira icanyuma,igihugu ca Tanzaniya gihure n’igihugu ca Uganda,Erithree gitane mu mitwe n’igihugu ca Zanzibar naho igihugu ca Sudani kizotane mu mitwe n’igihugu ca Sudani y’Epfo. Bitegekanijwe ko izo nkino zose zizoba ku musi w’Imana igenekerezo rya 29 Nyakanga 2019 ku bibuga vya Ngulu na Njeru vyaho mu gihugu ca Uganda zimwe igihe c’isaha indwi izindi igihe c’isaha icumi z’umuhingamo.
Lionel Messi yatowe nk’umukinyi wa mbere mwiza w’umwaka wa 2019
Umukinyi w’umurwi wa Barcelone akomoka mu gihugu ca Argentine Lionnel Messi niwe yaraye atahukanye agashimwe kitiriwe Fifa The Best nk’umukinyi yarushije abandi mu mwaka w’ihiganwa wa 2018 ushira umwaka wa 2019.
Lionel Messi yarushije umukinyi w’umurwi wa Juventus Christiano Ronaldo hamwe n’umukinyi w’umurwi wa Liverpool Virgil Van Dijk bari kumwe k’urutonde rw’abakinyi batatu batowemwo uwarushije abandi murico kiringo c’umwaka w’ihiganwa. Ibaye incuro igira 6 uwo mukinyi atahukanye ako gashimwe inyuma yaho atahukanye ako mu mwaka wa  2009, 2010, 2011, 2012 hamwe nako mu mwaka wa 2015. Bimwe mu vyatumye atahukana ako gashimwe nuko yafashije umurwi wiwe wa Barcelone gutahukana ihiganwa ryo mu gihugu ca Espagne bita La Liga,yongera awushitsa mu gice ca kabiri gishira ica nyuma c’ihiganwa rya Uefa Champions League. K’umupira w’amaguru mu ruhande rw’abagore Megan Rapinoe akomoka mu gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika niwe yatahukanye agashimwe k’umukinyi mwiza mu bandi bagore. K’uruhande rw’abanyegori uwufatira umurwi wa Liverpool Alisson Ramses Becker akomoka mu gihugu ca Bresil  niwe yatahukanye ako gashimwe k’umunyegori wa mbere kw’isi mu gihe k’uruhande rw’abamenyereza nyene,Jurgen Klopp asanzwe amenyereza Liverpool nyene niwe yatahukanye ako gashimwe k’umumenyereza wa mbere. Murico gikorwa nyene haratowe umurwi w’abakinyi 11 b’akarorero ba FIFA akaba aribo  Allison, Ramos, Van Dijk, De Laet, Marcelo, De Jong, Modric, Hazard, Messi, Ronaldo na Mbappé
Umugwi nserukira gihugu wa Afrika y’Epfo mu rukino rw’umupira w’amaguru mu bigeme watsinze Seychelles 
Mu rukino rw’umupira w’amaguru mu gisata c’abigeme batarenza imyaka 17, umurwi nserukira gihugu wa Afrika y’Epfo waraye unyagiye ibitsindo 28 k’ubusa  bw’umugwi wa seychelles. Ayo makuru avuga ko mu bakinyi 11  bagize uwo mugwi wa Afrika y’Epfo bose batsinze umwe umwe wese igitsindo hanyuma babiri muribo bakaza kwisubiriza mu gutsinda bibiri bibiri. Uyo mugwi waraye utsinze ivyo bitego mu rukino rwo kwugurura ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu gisata c’abigeme batarenza imyaka 17 ry’ihiganwa rya  COSAFA mu rukino rwabaye kur’uyu wagatandatu uheze mw’izinga rya Maurice, Umukuru w’umurwi wa Seychelles Vivian Both yabwiye abamenyashamakuru ko bidatangaje kubona batsinzwe ivyo vyose ngo imvo ninyishi cane. yasiguyeko bwari ubwambere bitavye iryohiganwa kandi ko ata mugwi nserukiragihugu w’abakobwa bari bafise mubijanye n’inkino z’umupira w’amaguru. Umukuru w’umugwi wa Afrika y’Epfo, Simphiwe Dludlu yavuze ati :
“ndakeje abakobwa banje kukuntu bigenjeje, na cane cane mu kw’ubahiriza amategeko y’urukino.” Hari haheze ikiringo kidashika amezi abiri uyo mugwi wa Afrika y’Epfo utsinze  ibitsindo 17 k’ubusa bw’umugwi nserukira gihugu wa Comores ku kibuga c’itwa Port Elizabeth.
CECAFA –U20 : Uburundi bwanganije ibitsindo 3 na Sudani y’Epfo
Umurwi nserukiragihugu w’Intamba mu Rugamba w’Abadashika imyaka 20 wanganije n’umurwi nserukiragihugu w’igihugu ca Sudan y’Epfo ibitsindo bitatu kuri bitatu mw’ihiganwa CECAFA ryabadashikana imyaka 20 ririko ribera mu gihugu ca Uganda. Ibindi bihugu vyahuye muriryo higanwa nyene ,igihugu ca Sudani catsinze bicoroheye umurwi nserukiragihugu wa Djibouti ibitsindo bine (4) ku busa bwa Djibouti mu gihe umurwi nserukiragihugu wa Uganda nawo wanganije n’umurwi nserukiragihugu wa Eritreya igitsindo kimwe ku kindi. Iryo higanwa rya CECAFA ry’abadashikana imyaka 20 ry’uwu mwaka wa 2019 ryatunganirijwe mu gihugu ca Ouganda bitegekanijwe ko rizosozerwa kw’igenekerezo rya 5 Gitugutu umwaka wa 2019.
CECAFA –U20 : Urutonde rw’abakinyi 11 b’Intamba mu Rugamba batangura mu rukino na Sudani y’Epfo rwasohotse
Umumenyereza w’Intamba mu Rugamba z’abatarenza imyaka 20 yashize ahabona urutonde rw’abakinyi 11 baza gutangura mu kibuga mu rukino ruza kubahuza n’igihugu ca Sudani y’Epfo mw’ihiganwa CECAFA igihe c’isaha icumi y’amasaha yo mu Burundi aho kururwo rutonde harimwo abakinyi nka NIJIMBERE Juma na NTUNZWENIMANA Amissi. Kururwo rutonde rw’abakinyi 11 harimwo kandi NIYERA Japhet,.NDIKUMANA Ally,MUSORE Prince Michel,MUDERI Akbar,HAKIZIMANA Hamimu,SAMIR Nasri,NIBIKORA Arthur,.NIYONKURU Karim hamwe na DUSHIME Yassin. Abakinyi bari k’urutonde rw’abasubirira abandi ni MUNEZERO Karim,NKURUNZIZA Fabrice,NUKEYENEZA Didier,KAZEDA Crispin,KANYAMUNEZA Christian,ISHIMWE Giggs,NSHIMIRIMANA Darcy,NDUWIMANA Louis Romeo hamwe na NSHIMIRIMANA François. Ihiganwa ry’uwu mwaka rya CECAFA-U20 rizobera mu gihugu ca Uganda zigatangura kuruno wa gatandatu igenekerezo rya 21 Nyakagan 2019 zikazosozerwa kw’igenekerezo rya 5 Gitugutu umwaka wa 2019.
Intamba mu rugamba  zizeza abakunzi bazo  intsinzi aho bukera
Mu kiganiro umumenyereza w’Intamba BIPFUBUSA Joslin yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu itarike 20 nyakanga yavuzeko biteguye bihagije kunezereza abakunzi b’Intamba murugamba. Ni mugihe kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 21 Nyakanga 2019, hategekanijwe urukino rw’umupira w’amaguru ruzohuza Uburundi n’igihugu ca Uganda, umumenyereza w’Intamba BIPFUBUSA yamenyeshejeje  ko biteguriye intsinzi kuko bagerageje gutegura abakinyi neza. Abamenyeshamakuru bamubajije ubuhinga bagiye gukoresha narirya havugwa ko umugwi nserukira gihugu wa uganda ukomeye cane, yishuye ko bakoze imyimenyerezo ihagije kugira bashobore  guhangana n’uyo mugwi.  Bipfubusa yashikirije  kandi ko bategerezwa kurondera intsinzi hakiri kare kugira bazoshobore kuja mu buganda baza bafise intsinzi. Umumenyereza w’Intamba yavuze mur’aya majambo ati : “ s’ibintu tuzoja kwigira mu kibuga twaramaze kubitegura, rero twizeje abakunzi bacu kuzobanezereza, bazoze kudushigikira ari benshi.” Kubijanye n’abakinyi bazokinishwa yavuze ko atabenshi bahindutse ko habaye guhindura bake gusa, kubari basanzwe bakinishijwe igihe uwo mugwi wahura n’igihugu ca Sudani yepfo. Akaba yasiguye ko imvo nyamukuru  ari umwanya wo gutegura bashasha warusigaye wari muto cane, rero ngo baciye babandanirizako Ikindi kibazo cabajijwe Bipfubusa Joslin amenyereza Intamba kijanye n’umusatirizi Olivier yavunitse ko hoba hari umusubirizi wiwe, mu kwishura yemeye  ko bamaze kumuronka umukunyi yitwa Vyamungu ko ashobora gukorera mungata Olivier agakora ibikora inka. Tubibutse ko urwo rukino ruzobera ku kibuga c’umupira w’amaguru c’itiriwe Intwari aho bitegekanijwe ko urukino ruzotangura igihe c’isaha icenda z’umuhingamo.
Ibiciro vyo kwinjira kuraba urukino ruzohuza Uburundi na Uganda vyashizwe ahabona
Igiciro c’amatike azotanga uburenganzira bwo kwinjira kuraba urukino ruzohuza umurwi w’intamba mu rugamba bakinira hagati mu gihugu hamwe n’umurwi nserukiragihugu wa Uganda mu rukino rwo  gukuranamwo mu kurondera itike ryo kwitaba ihiganwa rya CHAN rihuza abakinyi bakinira mu gihugu cabo vyashizwe ahabona aho abantu bipfuza kuja mu kibanza c’impande y’ikibuga bazotanga amafaranga ibihumbi 2 vy’amarundi. Ivyo biciro vyerekana kandi ko abipfuza kuja mu bwugamo A na D bakazotanga ibihumbi 5,ubwugamo B na C batange ibihumbi 10 mu gihe abazoja mu bwugamo bw’iteka bazotanga amafaranga y’amarundi ibihumbi 50. Ibibanza bitegekanijwe kudandandarizwamwo ayo matike y’urwo rukino ni Palais des Arts,Zone Buyenzi hamwe no kuri Gare du Nord(Engen) hamwe no ku cicaro c’umupira w’amaguru mu Burundi FFB hazodandarizwa amatike yo mu bwugamo bw’iteka (VIP). Urwo rukino rutegekanijwe ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 21 Nyakanga 2019 ku kibuga c’umupira w’amaguru citiriwe Intwari aho bitegekanijwe ko urukino ruzotangura igihe c’isaha icenda z’umuhingamo.
Ligue des champions 2019-2020 : Umurwi wa Real Madrid watsinzwe bikomeye mu rukino rwa mbere
Umurwi wa Real Madrid wo mu gihugu ca Espagne waraye utsinzwe bimwe bikomeye n’umurwi wa Paris Saint Germain mu rukino rwayo rwambere mw’ihiganwa ry’imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vya buraya “Ligue des champions” ry’umwaka wa 2019 ushira umwaka wa 2020 aho watsinzwe ibitsindo 3 ku busa. Muruwo murwi A usanzwe urimwo iyo mirwi ibiri Real Madrid na Paris Saint Germain,imirwi ya FC Bruges  n’umurwi wa Galatasaray bisangiye uwo murwi nyene yoyo yahejeje urukino inganya ubusa ku bundi mu gihe mu murwi B Tottenham wanganije ibitsindo bibiri n’umurwi Olympiakos,umurwi wa Bayern nawo utsinda umurwi wa Etoile Rouge ibitsindo bitatu ku busa. Murizo nkino nyene zabaye ku musi wejo wa gatatu igenekerezo rya 18 Nyakanga umwaka wa 2019,mu murwi C,Manchester City yatsinze umurwi wa Chakhtar ibitsindo bitatu ku busa,umurwi wa Dinamo Zagreb utsinda umurwi wa Atlanta ibitsindo 4 ku busa mu gihe mu murwi D Leverkusen watsinzwe ibitsindo bibiri kuri kimwe n’umurwi wa Lokomotiv Moscou,naho Atlético Madrid unganya na Juventus ibitsindo bibiri ku bindi.
CECAFA –U20:Urutonde rw’abakinyi bagiye guserukira Uburundi rwashizwe ahabona
Urutonde rw’abakinyi 21 rw’abatarenza imyaka 21 bagiye guserukira Uburundi mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru ry’abatarenza imyaka 20 ryitiriwe CECAFA U20 rizobera mu gihugu ca Uganda ,rwashizwe ahabona muribo harimwo Nahimana Anim na Niyonkuru Karim. Abandi bakinyi bari kururwo rutonde ni Samir Nasri,Muderi Akbar,Bukeyeneza Didier,Dushime Yassin,Kazeda Cruspin,Nshimirimana Darcy,Nibikara Arthur,Nijimbere Juma,Nduwimana Louis Ririzo,Ishimwe hmwe na Munezero Karim. Kururwo rutonde hariko kandi abakinyi nka Nkurunziza Fabrice,Musore Prince Michel,Nshimiriaman Francois,Ntunzwenimana Khamissi,Ndikumana Ali,Nihera Japhet,Nganji Sanola hamwe n’umukinyi yitwa Kanyamuneza Aime Christian. Bitegekanijwe ko abo bakinyi 21 bafata urugendo kuruno wa gatatu igenekerezo rya 18 Nyakanga umwaka wa 2019 bagana igihugu ca Uganda aho izo nkino zizobera.
Primus Ligue : Imirwi yatsindanye gute mu ndwi ya  6 y’ihiganwa ?
Mu nkino zabaye mu mpera z’iyi ndwi turangije,umurwi wa Les Lierres watsinzwe n’umurwi wa Bumamuru FC ibitsindo 3 k’ubusa mu gihe umurwi wa Atletico Academy watsinze umurwi wa Kayanza United ibitsindo bitatu kuri bibiri vy’umurwi wa Kayanza United. Murizo nkini nyene z’indwi ya gatandatu y’ihiganwa rya primus Ligue,umurwi wa Messager Ngozi watsinze bimwe umurwi wa Vital’O FC ibitsindo bibiri kuri kimwe ca Vital’O FC ,umurwi wa Inter Star utsinda igitsindo kimwe umurwi wa Aigle Noir mu gihe umurwi wa Rukinzo FC nawo watsinzwe ibitsindo bitatu n’umurwi wa Flambeau du Centre. Mu rukino rwahuje umurwi wa B.S Dynamic hamwe n’umurwi wa Olympic Star iyo mirwi yahejeje urukino ari ubusa ku bundi,umurwi wa Musongati FC nawo watsinze Bujumbura City ibitsindo bitatu kuri bibiri mu gihe umurwi wa Ngozi City watsinze igitsindo kimwe umurwi wa LLBS4A.
Primus Ligue : Imirwi igiye guhura gute ku ndwi ya 6 y’ihiganwa ?
Inkino zitegekanijwe kuruno wa gatandatu igenekerezo rya 14 Nyakanga umwaka wa 2019 mw’ihiganwa ry’igikombe Primus Ligue ry’umwaka wa 2019 ushira umwaka wa 2020 n’inkino zishika 6 murizo hakaba harimwo uruja guhuza umurwi wa Inter Star  hamwe n’umurwi wa Aigle Noir  rukazobera  ku kibuga Intwari  igihe c’isaha indwi n’inusu y’umuhingamo. Izindi nkino zitegekanijwe kuruwo wa gatandatu nyene n’uruzohuza  umurwi wa Messager Ngozi na Vital’o ku kibuga Urukundo c’i Ngozi igihe c’isaha icenda  z’umuhingamo hamwe n’uruzohuza umurwi wa Rukinzo Fc hamwe n’umurwi wa Flambeau du Centre ruzobera ku kibuga Intwari igihe c’isaha icumi. Inkino zitegekanijwe kuruyu w’Imana igenekerezo rya 15 Nyakanga umwaka wa 2019 n’uruzohuza umurwi wa BS Dynamic hamwe n’umurwi wa Olympique Star ruzobera ku kibuga Intwari igihe c’isaha indwi n’inusu,uruzohuza umurwi wa Ngozi City n’umurwi wa LLBS4A ku kibuga Urukundo igihe c’isaha icenda hamwe n’uruzohuza umurwi wa Bujumbura City n’umurwi wa Musongati igihe c’isaha iumi ku kibuga Intwari.
FIFA 20 :Lionel Messi aza kw’isonga ry’abakinyi 100 ba mbere bakomeye
Umukinyi wo mu gihugu ca Argentine Lionnel Messi asanzwe akinira umurwi wa Barcelone wo mu gihugu ca Espagne niwe aza kw’isonga ry’urutonde rw’abakinyi bakomeye kw’isi b’umwaka uza bita FIFA 20 nkuko vyashizwe ahabona na EA Sports rifadikanije n’ishirahamwe rijejwe umupira w’amaguru kw’isi FIFA. Ku rurwo rutonde rw’abakinyi 100 bakomeye kw’isi ,Lionel Messi aza ubwa mbere ahagaze neza gusumvya abandi n’amanota 94,ubwa kabiri hakaza umunya Portugal Christiano Ronaldo asanzwe akinira umurwi wa Juventus wo mu gihugu c’Ubutariyano n’amanota 93.mu gihe ikibanza ca gatatu hari umukinyi Neymar ukinira wa Paris Saint-Germain wo mu gihugu c’Ubufaransa n’amanota 92. Mu kibanza ca kane haza umukinyi Eden Hazard w’umurwi  Real Madrid n’amanota 91 ,ubwa gatanu ni Kevin De Bruyne wo muri  Manchester City n’amanota 91,mu kibanza ca gatandatu Jan Oblak w’umurwi Atlético  Madrid n’amanota 91. Abandi 4 bakurikirana kuva mu kibanza c’indwi gushika kuri 10 bose banganya amanota 90 aho mu kibanza c’indwi hari Virgil van Dijk akinira Liverpool,ikibanza c’umunani hakaza Mohamed Salah wa  Liverpool,ubwicenda hari Luka Modric  w’umurwi Real Madrid mu gihe ikibanza ca cumi hari umukinyi Marc-André ter Stegen akinira umurwi wa  FC Barcelone wo muri Espagne. Kubijanye nuko aba bakinyi batorwa,hisungwa ubushobozi umukinyi aba afise,uko yitwara mu kibuga hihejwe inomero asanzwe akina mu kibuga,nk’ibitsindo biba vyatsinzwe,imipira umuntu aha begenzi we mu kibuga,ugucenga,kwaka umupira abo muriko murakinana,gutanga abandi umupira wo hejuru.
Primus Ligue :Imirwi yatsindanye gute mu ndwi ya 5 y’ihiganwa ?
Mu nkino zabaye mu mpera z’iyi ndwi turangije,umurwi wa Aigle Noir SC watsinze umurwi wa BS Dynamique ibitsindo 3 kuri 1 ca BS Dynamique ku rukino rwari rwabareye ku kibuga Urumuri ku musi wa gatandatu uheze. Murizo nkini nyene,umurwi wa Messager Ngozi watsinze bimwe bikomeye umurwi wa Les Lierres ibitsindo bitandatu k’ubusa bwa Les Lierres mu gihe umurwi wa Olympique Star nawo watsinzwe umurwi wa Ngozi City ibitsindo 2 k’ubusa. Mu rukino rwahuje umurwi wa Bujumbura City na Bumamuru Fc ,urwo rukino rwarangiye Bujumbura City utsinze igitsindo kimwe k’ubusa bwa Bumamuru Fc mu gihe urukino rwahuje umurwi wa Flambeau du Centre na Atletico Academic rwarangiye Flambeau du Centre ufise intsinzi y’igitsindo kimwe.
Play off muri Basketball : "abantu bagaya umurwi ngo ntukomeye nibo bama batangara"
Inkino za Play off mu mupira w’amaboko basketball zihuza imirwi yose y’ibujumbura zabaye ku musi wagatandatu hamwe no ku w’Imana kuma tarike ya 7 na 8 Nyakanga uwu mwaka zarerekanye ubuhizi ku mirwi imwe imwe nka Mutanga United isanzwe ari iyanyuma ku rutonde yatsinze vyiza vy’abantu Ghmkhana isanzwe ari iyambere. Mu gice c’ambere c’inkino cabaye mu mpera z’iyi ndwi, habaye inkino zibiri aho umurwi wa Mutanga United watsinda Gymkhana amanita 93 kuri 88. Urukino rwatangaje abantu batari bake kubona umurwi Gymkhana usanzwe ufise abasore bakomeye utsindirwa imbere y’abakunzi bawo. Abantu bose ntibatahuye ivyabaye ariko abazi ivy’inkino barabitahura. Umu fana umwe wa Mutanga twavuganye yamenyesheje ati : “umupira uradunda kandi abantu bagaya umurwi ngo ntukomeye nibo bama batangara”. Inyuma y’urwo rukino haciye hakurikira Muzinga n’urunani aho Muzinga yatsinzwe bimwe biboneka n’umurwi w’urunani ku manota 48-71. Ku w’Imana habaye izindi nkino zibiri zahuje umurwi wa Kern na Dynamo aho Dynamo yatsinda amanota 78 kuri 66 ya Kern hama New Star ica itsinda 83 kuri 59 ya les Hyppos. Mu gice ca kabiri c’izo nkino kigiye gukurikira n’igice ca kabiri gishira icanyuma aho imirwi ine yatsinze ariyo igiye kubandanya aho ku wa gatandatu itariki 14 nyakanga 2019 hazoba inkino zihuza Mutanga United-New Stars isaha indwi hama isaha icenda habe urukino ruhuzohuza Urunani- Dynamo. Ku w’Imana kw’itariki 15 izo nyene zizoba zaraye zikinye zizosubira guhura kandi aho sa tatu za gatondo hazohura Urunani na Dynamo hama isaha zitanu habe Mutanga United na New Stars. Bitegekanijwe ko mw’izo nkino umurwi kugira ubandanye aruko utsinda inkino zibiri hama inyuma yaho izizosigara mw’izo zine nizo zizoca zikina igice ca nyuma aho bitegekanijwe ko igice ca nyuma uwuzotsinda azotegerezwa gutsinda inkino zitatu. Umukinyi yigenjeje neza kurusha abandi n’umuhungu yitwa Nijimbere Beni akinira umurwi wa New Stars aho yatsinze amanita 26, ama rebounds 3, atanga imipira myiza 3.
Primus Ligue : Imirwi igiye guhura gute ku ndwi ya 5 y’ihiganwa ?
Inkino zitegekanijwe kuruno wa gatandatu igenekerezo rya 7 Nyakanga umwaka wa 2019 mw’ihiganwa ry’igikombe Primus Ligue ry’umwaka wa 2019 ushira umwaka wa 2020 n’inkino zishika indwi murizo hakaba harimwo uruja guhuza umurwi wa Flambeau du Centre hamwe n’umurwi wa Atletico rukaja kubera ku kibuga Ingoma co mu ntara igihe c’isaha icenda y’umuhingamo. Urundi rukino rutegekanijwe igihe c’isaha icenda z’umuhingamo n’uruja guhuza umurwi wa Olympique Star hamwe n’umurwi wa Ngozi City ku kibuga Umuco mu gihe umurwi wa Messager Ngozi uza guhura n’umurwi wa Les Lierres ku kibuga Urukindo c’i Ngozi igihe c’isaha icenda nyene z’umuhingamo. Izindi nkino zitegekanijwe kuriyo saha nyene kuruno wa gatandatu n’uruja guhuza umurwi wa Bumamuru Fc hamwe na Bujumbura City  ku kibuga Intwari igihe c’isaha icenda mu gihe umurwi wa Aigle Noir na BS Dynamic nayo itana mu mitwe ku kibuga Urumuri igihe c’isaha icenda. Inkino zitegekanijwe kuruyu w’Imana igenekerezo rya 8 Nyakanga umwaka wa 2019 n’uruzohuza umurwi wa Musongati na Inter Star ku kibuga Ingoma igihe c’isaha icenda ,LLB ihure na Vital’O Ku kibuga Intwari igihe c’isaha icenda mu gihe umurwi wa Kayanza United uzohura n’umurwi wa Rukinzo ku kibuga Urukundo igihe c’isaha icenda z’umuhingamo.
Urutonde rw’abakinyi bazokina urukino rwo gusubiriza na Tanzaniya rwashizwe ahabona
Umumenyereza w’Intamba mu rugamba Olivier NIYUNGEKO batazira Mutombola yashize ahabona urutonde rw’abakinyi 18 bitegurira kuzokina n’umurwi nserukiragihugu wa Tanzaniya Taifa Stars kuruyu w’Imana mu rukino rwo gusubiriza mu nkino zo kurondera itike ryo kwitaba igikombe c’isi co mu mwaka wa 2022. Abo bakinyi bagizwe na Ndikumana Justin,Nahimana Jonathan,Bigirimana David,Ngando Omar,Moussa Omar,Nsabiyumva Frédéric,Bacanamwo Joël,Ramazani Diamant,Duhayindavyi Gaël,Bigirimana Gaël,Amissi Cédric. Abandi bari kururwo rutonde ni Nahimana Shassiri,Moustafa Francis,Amissi Mohamed,Kanakimana Bienvenue,Fiston Abdoul Razzak,Berahino Saido hamwe na Bimenyimana Bonfils Caleb. Urwo rutonde rwose rw’abo bakinyi barara bashitse mu gihugu ca Tanzaniya uyu musi nyene wa kane ku gira babe baritegura bongera bimenyereza. Tubibutseko urukino rwa mbere rwabereye mu gisagara ca Bujumbura ku kibuga Intwari Imtamba mu Rugamba hamwe na Taifa Stars banganije igitsindo kimwe ku kindi.
Mwalimu Juma Mbunda : “Intamba mu Rugamba ntiziduteye ubwoba.” 
Icegera c’umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu wa Tanzaniya Taifa Stars ,Mwalimu Juma Mbunda avuga ko badatinya umurwi nserukiragihugu w’Uburundi “ Intamba mu Rugamba” kandi ko ata bwoba bafise ico baje gukora i Burundi ari ugukina nawo mu rukino rubahuza kuruyu wa gatatu kugeza ku munota wa nyuma w’urukino kuko iyo bagira ubwoba batari kuza hano i Burundi gukina. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kabiri igenekerezo rya 3 Nyakanga umwaka wa 2019,Mwalimu Juma Mbunda yavuze ko hari ibivugwa vyinshi kubijnye n’urwo rukino kubwiwe ati nibivurwe  igikuru aruko baje gukina n’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi ariko ikiva mururwo rukino azokivuga inyuma y’urukino. Ico cegera c’umumenyereza w’umurwi TAIFA Stars w’igihugu ca Tanzaniya amenyesha abakunzi b’uwo murwi ko baje guhangana n’umurwi w’Intamba mu Rugamba kugeza ku munota wa nyuma w’urukino kandi bazokora ibishoboka kugira batahukane intsinzi. Ivyo yabishikirije ejo nyene mw’ico kiganio yatanze. Umumenyereza w’Intamba mu Rugamba Olivier NIYUNGEKO mu kiganiro yatanze we yavuze ko biteguriye intsinzi mu rurwo rukino kuko barwiteguriye bishimishije kandi ko n’imyimenyerezo bakoze ishemeye. Urwo rukino rutegekanijwe kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 04 Nyakanga 2019 ku kibuga c’umupira w’amaguru citiriwe Intwari igihe c’isaha icenda z’umuhingamo ibiciro vyo kwinjira akaba ari ibihumbi 5 kubaja mu kibanza c’impande y’ikibuga ,ibihumbi 20 mu bwugamo A na D ,ibihumbi 100 mu bwugamo B na C hamwe n’ibihumbi 200 mu bwugamo bw’iteka.
Olivier NIYUNGEKO yemeza ko yiteze intsinzi yejo mu rukino na Tanzaniya 
Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’Intamba mu Rugamba Olivier NIYUNGEKO amenyeshako biteguriye intsinzi mu rukino ruzobahuza n’umurwi nserukiragihugu wa Tanzaniya "Taifa Stars" ku musi wa gatatu igenekerezo rya 4 Nyakanga 2019 mu rukino rwo kurondera itike ryo kuzokina igikombe c’isi co mu mwaka wa 2022 kizobera mu gihugu ca Qatar. Mu kiganiro uwo mumenyereza yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kabiri igenekerezo rya 3 Nyakanga umwaka wa 2019,Olivier NIYUNGEKO avuga ko bagerageje kwitegurira urwo rukino kandi imyimenyerezo bakoze ishemeye gushika ubu n’abakinyi bose bameze neza. Olivier NIYUNGEKO yavuze ati :“Twaragerageje kwitegura bishoboka ,imyimenyerezo irashemeye kandi turiko tugerageza gukora ibishoboka kugira urukino rwaba urwaha i Burundi eka nurwo tuzokinira muri Tanzaniya zose tuzozitsinde. ” Uwo mumenyereza asaba abakunzi bose b’Intamba mu Rugamba gufatana mu mugongo kugira bashobore gushika kuco bipfuza kuko yaba abakunzi b’umurwi ,abakinyi hamwe n’umumenyreza bose bashaka intsinzi. Olivier NIYUNGEKO yavuze ati :“Dufatanye mu mugongo twese nta na kimwe co tubuza ko dushika aho twipfuza ariko igikuru nukuntu tuba turiko turitegura,twese dushaka intsinzi kandi turiko turayitegura nta gahigihigi kuko ni harya twagejeje ubu turiko turakora kugira habe akarusho.” Icegera ca kapitene w’Intamba mu Rugamba Gael BIGIRIMANA avuga ko bazi igikorwa bafise ku musi w’ejo kandi biteze intsinzi izoba ivuye mu gufashanya hagati yabo.
Woba uzi ibiciro vyo kwinjira kuraba urukino ruzohuza Uburundi na Tanzaniya ?
Igiciro c’amatike azotanga uburenganzira bwo kwinjira kuraba urukino ruzohuza umurwi w’intamba mu rugamba hamwe n’umurwi nserukiragihugu wa Tanzaniya mu rukino rwo gukurana kuranamwo mu kurondera itike ryo kwitaba igikombe c’isi co mu mwaka wa 2022 aho ku bantu bipfuza kuja mu kibanza c’impande y’ikibuga bazotanga amafaranga ibihumbi 5 vy’amarundi. Ivyo biciro vyerekana kandi ko abipfuza kuja mu bwugamo A na D bakazotanga ibihumbi 20,ubwugamo B na C batange ibihumbi 100 mu gihe abazoja mu bwugamo bw’iteka bazotanga amafaranga y’amarundi ibihumbi 200. Ibibanza bitegekanijwe kudandandarizwamwo ayo matike y’urwo rukino ni Athénée Primaire,Palais des Arts,Zone Buyenzi,Petit Séminaire Kanyosha,Gare du Nord(Engen) hamwe no ku cicaro c’umupira w’amaguru mu Burundi FFB hazodandarizwa amatike yo mu bwugamo bw’iteka (VIP). Urwo rukino rutegekanijwe ku musi wa gatatu igenekerezo rya 04 Nyakanga 2019 ku kibuga c’umupira w’amaguru citiriwe Intwari aho bitegekanijwe ko urukino ruzotangura igihe c’isaha icenda z’umuhingamo.
Muri Basketball, imirwi ya Dynamo na les Gazelles yaraye yandikishije amateka
Uwutarazi ivyabereye i Gitega mu murwa mukuru wa Politike mu mpera z’iyi ndwi turangije yari kwibaza igituma hari abantu atamenyereye kuhabona muga sibindi nuko hariko harabera inkino z’igice ca kabiri gishira icanyuma hamwe n’igice ca nyuma c’inkino z’umupira w’amaboko Basketball mw’ihiganwa ry’igihugu (Championnat National) aho imirwi ya Dynamo na les Gazelles yaraye yandikishije amateka Abantu isinzi bavuye mu ntara zitandukanye ahanini bavuye i Bujumbura bari bakoraniye i Gitega kuraba inkino zine zari zitegekanijwe ku wa gatandatu mu gice ca kabiri gishira icanyuma aho umurwi wa New Star watana mu mitwe n’umurwi w’Urunani hama umurwi wa Dynamo ugatana mu mitwe n’umurwi wa Gymkana. Iyi niyo mirwi yari isigaye mw’ihiganwa inyuma yo kugenda irakura kuranamwo mu gihugu cose. Uwo musi wagiye guhera hamenyekanye imirwi bwaca ikina igice ca nyuma nayo ikaba yari Dynamo n’Urunani.  Ku ruhande rw’abigeme naho iyashitse mu gice ca nyuma yari Les Gazelles hamwe na Berco Stars. Ku musi w’Imana rero abantu bose bari bashashaye kumenya n’uwahe murwi uza gutahukana instinzi haba kuruhande rw’abagabo be no kuruhande rw’abagore. Muga ntivyatevye kumenyekana kuko ukwo biri kwose ihiganwa ririnze ritangura ribwirizwa guhera intwari zikamenyekana. Mu bigeme umurwi wa Les Gazelles wirahiye Berco Stars ku manota 69 kuri 67 bigoranye cane gutyo uba wanditse amateka hama ku ruhande rw’abagabo umurwi wa Dynamo wirahira bimwe biboneka umurwi w’urunani intsinzi y’amanota 78 kuri 54. Twokwibutsa ko Urugori rw’umurwi wari watahukanye ico gikombe mu mwaka uheze wari New Star muga uyu mwaka siko vyagenze kuko ubu batahukanye ikibanza ca gatatu.
Primus Ligue :Imirwi yatsindanye gute mu mpera z’indwi iheze ?
Imirwi ya Musongati FC, Bumamuru FC hamwe n’umurwi wa LLBS4A niyo yatsinze inkino zayo z’indwi ya kabiri mw’ihiganwa rya Primus Ligue ry’umwaka wa  2019 ushira umwaka wa 2020 ubu ikaba ifise amanota 6. Mu nkino zabaye mu mpera z’iyindwi turangije ,umurwi wa Bumamuru FC watsinze  Flambeau du Centre 2 k’ubusa,umurwi wa Ngozi City utsindwa 1 k’ubusa n’umurwi wa  BS Dynamic mu gihe umurwi wa Buja City watsinze ibitsindo 3 kuri 2 vy’umurwi wa Athletico Academy. Mu rukino rwahuje umurwi wa Musongati hamwe n’umurwi wa Rukinzo,Musongati watsinze 2 k’ubusa bwa Rukinzo ,umurwi wa Messager Ngozi wirahira umurwi wa  Olympic Star ibitisndo 4 kuri 1 ca Olympic star mu gihe umurwi wa Les Lierres watsinze ibitsindo 2 kuri 1 c’umurwi wa  LLBS4A.  Imirwi 2 ariyo Olympic Star hamwe n’umurwi wa Ngozi City imaze gutsindwa inkino zayo 2 zose mu gihe imirwi ya Aigle Noir, Kayanza United, Rukinzo FC hamwe n’umurwi wa Inter Star imaze gitsindwa urukino rumwe gusa.
Primus Ligue :Umurwi wa Atletico Academy uza mu kibanza ca mbere inyuma y’inkino z’indwi ya mbere
Umurwi wa Atletico Academy uza mu kibanza ca mbere inyuma y’inkino z’indwi ya mbere mw’ihiganwa rya Primus Ligue aho urusha ibitsindo iyindi mirwi yaronse amanota atatu muriyo ndwi. Kur’urwo rutonde iyindi mirwi yaronse amanota atatu nk’umurwi wa Atletico Academy n’umurwi wa Flambeau du centre uza mu kibanza ca kabiri,Les Lierres uza mu kibanza ca gatatu,LLBS4 mu kibanza ca kane ,Musongati FC mu kibanza ca gatanu hamwe n’umurwi wa BUMAMURU FC uza mu kibanza ca gatandatu. Iyindi mirwi yaronse inota rimwe rimwe n’imirwi ya  Inter Star uza mu kibanza c’indwi hamwe n’umurwi wa Messager Ngozi uza mu kibanza c’umunani. Kuva mu kibanza c’icenda gushika mu kibnza ca cumi na gatandatu haza imirwi ya Rukinzo FC ,Vitalo FC,Aigle Noir,Buja City,Olympique Star ,BSD,Kayanza United hamwe n’umurwi wa Ngozi City uza mu kiabnza ca nyuma ca cumi na gatandatu. Mwomenya ko urukino rwari guhuza umurwi wa Rukinzo FC hamwe n’umurwi wa Vital’o FC rwungururijwe ku yindi sango mu gihe inkino z’indwi igira kabiri zitegekanijwe ku musi wa gatandatu hamwe no ku musi w’Imana w’iyi ndwi.
Umusatirizi w’Intamba mu Rugamba Mohamed Amissi yasinye amasezerano yo gukinira umurwi wo muri Hollande
Umusatirizi w’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi « Intamba mu Rugamba », Mohamed Amissi yasinye amasezerano yo gukinira umurwi HERACLES Almelo wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Hollande. Ayo masezerano yasinywe ku musi wa kabiri hagati y’uwo mukinyi hamwe nuwo murwi mushasha agiye gukinira ,ategekanya ko azomara imyaka ibiri ariko igashobora kwongerezwa mu gihe bibaye ngombwa. Mohamed Amissi  aheruka gukinira umurwi w’Intamba mu Rugamba mu gikombe giheruka gihuza imirwi nserukirabihugu yo ku mugabane wa Afirika c’umwaka wa 2019 imbere yaho akaba yari mu bakiniye umurwi Intamba mu Rugamba mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afrika ry’abatarenza imyaka 20 ryabereye mu gihugu ca Niger mu kwezi kwa Ruhuhuma uwu mwaka wa 2019. Mohamed Amissi afise imyaka 19 y’amavuka akaba yahora akinira umurwi NAC Breda wo murico gihugu nyene ca Hollande.
PrimusLigue : Inkino 2 za nyuma z’indwi ya mbere ry’ihiganwa ziritezwe
Inkino zibiri za nyuma zisigaye z’indwi ya mbere ry’ihiganwa rya Primus Ligue ry’umwaka wa 2019 ushira umwaka wa 2020 ziritezwe kuruyu wa gatatu hamwe no kuruyu wa kane aho umurwi wa Aigle Noir uzokina na  Les Lierres kuruno wa gatatu igenekerezo rya 14 Myandagaro 2019 igihe c’isaha icenda ku kibuga Intwari mu gihe umurwi wa Rukinzo FC –uzokina na Vital’O FC kuwa kane igihe c’isaha icenda ku kibuga Intwari nyene. Mu nkino 6 zimaze gukinwa umurwi wa Olympic Star watsinzwe n’umurwi wa  Musongati FC ibitsindo 2 kuri 1 mu gihe umurwi wa Flambeau du Centre watsinze umurwi wa Kayanza United ibitsindo bitatu kuri kimwe ca Kayanza United. Umurwi wa BS Dynamic watsinzwe igitsindo kimwe n’umurwi wa  Bumamuru FC,umurwi wa Inter Star unganya n’umurwi wa  Messager Ngozi ubusa ku bundi mu gihe umurwi wa Athletico Olympic watsinze bikomeye umurwi wa  Ngozi City ibitsindo 4 ku busa mu gihe umurwi wa LLBS4A  watsinze umurwi wa Buja City ibitsindo bibiri kuri kimwe.
U Rwanda rugiye kuzokwakira inkino za Basketball z’ihuza ibihugu bitandukanye
Inkino za Basketball z’ihuza ibihugu bitandukanye vy’Afrika bitiriye Afrobasket zizobera mu Rwanda mu mwaka w’2021. Izo nkino zikazobera mu nyubakwa nshasha y’imikono yitiriwe Kigali ARENA, iyo nyubakwa ifise ubushobozi bwo kwakira abantu ibihumbi 10 bakicara. Iyo ngingo ikaba yafatiwe i Bamako muri Mali n’ishirahamwe mpuza makungu ry’umupira wa maboko FIBA mu nama yahuje abarigize. Kigali Arena kandi yuguruwe icese n’umukuru w’igihugu c’urwanda Paul Kagame kuri uyu wa gatanu itarike 9 myandagaro 2019.
Uburundi buriko buramotera ihiganwa rya CHAN ryo mu 2020 rizobera muri Cameroun
Mu rukino rwaraye rubaye mu ntumbero yo kurondera itike izobashikana mu nkino za CHAN2020, Uburundi bwaraye busubiye gustinda irya kabiri igihugu ca Sudani yepfo ibitsindo bibiri kuri kimwe inyuma yaho no murukino rwambere Uburundi bwari bwatsinze Sudani yepfo ibitsindo bibiri ku busa. Mu rukino rwaraye rubaye rukaba rwabereye mu gihugu c’Ubuganda, igihugu ca Sudani yepfo cari caje cashavuriye urukino bivanye ningene cari giherutse gutsindirwa ngaha I Bujumbura, catanguje igitsindo ca mbere ku Burundi bakiri ku munota wa mbere w’urukino, igice ca mbere c’urwo rukino kirinda gihera bakiri kimwe ku busa bw’Uburundi. Inyuma yakaruhuko gato abarundi bagarutse bakenyuye baca batsinda nabo igitsindo ku munota wa 63 cinjijwe na Iddy Museremu asanzwe akinira Messager Ngozi, hama ku munota wa 88 ikindi ca kabiri kirinjira cinjijwe na Olivier Dusabe akinira Vitalo FC. Mu nkino zo kugira hamenyekane uwuzoja mwiryo higanwa ryo mumwaka uza, Uburundi busigaje guhura n’Ubuganda mu nkino zibiri zizobahuza aho rumwe ruzobera ngaha I bujumbura. Uwuzotsinda izo nkino zose niwe azoba afise amahirwe yo kuja muri CHAN2020 izobera muri Cameroun.
Umumenyereza Olivier NIYUNGEKO yemeza ko imyiteguro y’urukino na Sudani y’Epfo ishitse ahashimishije
Umumenyereza w’Intamba mu Rugamba Olivier NIYUNGEKO batazira Mutombola amenyeshako abakinyi bimirije gukina urukino ruzobahuza n’igihugu ca Sudani y’Epfo mu ntumbero yo gukurakuranamwo kugira bitabe ihiganwa rya CHAN bifashe neza kandi ko imyiteguro ishitse ahashimishije. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatanu igenekerezo rya 26 Mukakaro umwaka wa 2019,umumenyereza Olivier NIYUNGEKO avuga ko haheze indwi zitatu bari mu myiteguro y’urwo rukino gushika ubu abakinyi bose biteguye gukina neza kiretse umwe yakomeretse atari cane. Uwo mumenyereza w’Intamba mu rugamba avuga ko bafise icizere co kuzokora ibishoboka mu rurwo rukino ruzobahuza na  Sudani y’Epfo kugira bashobore gutahukana amanota atatu kandi ata nkeka bavyiteze. Olivier NIYUNGEKO avuga kandi ko ubu umukinyi uwariwe wese yinjiye mu murwi w’Intamba mu Rugamba ategerezwa gufatwa ibipimo hamwe kandi n’abakinyi bazokina ku musi w’urwo rukino bose barapimwe bameze neza igisigaye ari urukino barindiriye. Umukinyi Cedric Dany URASENGA asanzwe akinira umurwi wa Messager Ngozi yavuze ko abakinyi bamaranye indwi zitatu kandi hagati yabo harimwo ubumwe n’urukundo ata nkeka ko bazokora ibishoboka kugira bashikane igihugu muri CHAN kuko bafise ukumvikana. Umumenyereza w’igihugu ca Sudani y’Epfo Achu CYPRIAN yavuze ko biteguriye bishimishije kuko bakinye n’inkino za kivandimwe kubwivyo afise icizere ko bazotahuna intsinzi ku musi wa gatandatu.
CHAN 2020 :Woba uzi ibiciro vyo kwinjira kuraba urukino ruzohuza Uburundi na Sudani y’Epfo ?
Igiciro c’amatike azotanga uburenganzira bwo kwinjira kuraba urukino ruzohuza umurwi w’intamba mu rugamba w’abakinyi bakinira mu gihugu hamwe n’umurwi nserukiragihugu wa Sudani y’Epfo mu rukino rwo kurondera itike ryo kwitaba igikombe ca Afrika c’umwaka wa 2020 gihuza abakinyi bakinira mu bihugu iwabo vyashizwe ahabona,bikategekanywa ko amatike azotangura kugurwa mu gatondo k’umusi w’urukino igihe c’isaha zibiri za gatondo. Ivyo biciro vyerekana ko abantu bipfuza kuja mu kibanza c’impande y’ikibuga bazotanga amafaranga ibihumbi 2 y’amarundi,abipfuza kuja mu bwugamo A na D bakazotanga ibihumbi 5,ubwugamo B na C ibihumbi 10 mu gihe abazoja mu bwugamo bw’iteka bazotanga amafaranga y’amarundi ibihumbi 20. Ibibanza bitegekanijwe kudandandarizwamwo ayo matike y’urwo rukino ni aho bita palais des Arts hamwe no ku cicaro ca zone Buyenzi. Urwo rukino rutegekanijwe ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 27 Mukakaro 2019 ku kibuga c’umupira w’amaguru citiriwe Intwari aho kizoba cuguruwe kuva igihe c’isaha zitanu z’agatondo gushika igihe c’isaha umunani n’inusu z’umutaga.
CAN2021 :Uko imirwi izohura mu kurondera uburenganzira bwo kuzo kwitaba ihiganwa
Urutonde rwerekana uko imirwi nserukirabihugu ya Afirika izohura mu ntumbero yo kurondera uburenganzira bwo kwitaba ihiganwa ry’igikombe ca Afirika co mu mwaka wa 2021 rwashize ahabona aho Uburundi buri mu murwi E ugizwe n’ibihugu vya Maroc,Mauritanie hamwe n’igihugu ca Republique Centre Afrique. Umurwi wa mbere ariwo A ugizwe n’ibihugu vya  Mali, Guinea, Namibia hamwe n’uwuzotsinda hagati ya Liberia na Tchad, umurwi B ugizwe n’ibihugu vya Burkina Faso, Uganda, Malawi, hamwe n’uwuzotsinda hagati ya Sudani y’epfo hamwe n’igihugu ca Seychelles mu gihe umurwi C ugizwe n’igihugu ca Ghana, Afrique du Sud, Sudan, hamwe n’uwuzotsinda hagati ya Iles Maurice na Sao Tome. Umurwi D ugizwe na RDC,Gabon, Angola hamwe n’uwuzotsinda hagati ya Djibouti na Gambie,umurwi F ugizwe na Cameroon ,Cape Vert, Mozambique,Rwanda,umurwi G ugizwe na Misiri,Kenya, Togo,Comoros,umurwi H ugizwe na Algerie, Zambie, Zimbabwe, Botswana mu gihe umurwi I urimwo Senegal, Congo Brazzaville, Guinee-Bissau hamwe n’igihugu ca Swaziland. Umurwi J urimwo ibihugu vya Tunisie, Libye,Tanzania,na Guinee Equatoriale ,umurwi K ugizwe na Cote d’Ivoire ,Niger, Madagascar na Ethiopie mu gihe umurwi L urimwo Nigeria, Benin, Sierra Leone hamwe n’igihugu ca Lesotho. Bitegekanijwe ko ico gikombe gihuza ibihugu vyo ku mugabane wa Afirika c’umwaka wa 2021 kizobera mu gihugu ca Cameroun ,ariko igihugu ca Eritree  hamwe n’igihugu ca Somariya bikaba bitazokwitaba izo nkino zo gukuranamwo.
CAN2019:Urukino rwa nyuma “Final” ruhuza Senegal na Algerie ruritezwe uno musi
Urukino rwa nyuma rw’ihiganwa ry’igikombe ca Afirika c’umwaka wa 2019 mu ntumbero yo kumenya uwutahukana ico gikombe ruritezwe kuruno wa gatanu igenekerezo rya 19 Mukakaro umwaka wa 2019. Urwo rukino ruza guhuza umurwi nserukiragihugu wa Senegal hamwe n’umurwi nserukiragihugu wa Algerie ruza gutangura igihe c’isaha zitatu z’ijoro z’amasaha y’i Burundi ku kibuga Ciro Int’l Stadium ku murwa mukuru Cairo wa Misiri. Igihugu ca Nijeriya nico catahukanye ikibanza ca gatatu muriryo higanwa ry’igikombe ca Afirika c’umwaka wa 2019  inyuma yaho cirahiye igihugu ca Tuniziya igitsindo kimwe k’ubusa cinjiye ku munota wa 3 w’igice ca mbere c’urukino rutanguye cinjijwe n’umukinyi Odion Ighalo urukino ruhera biruko gutyo Nijeriya kiba gitahiye ikibanza ca gatatu. Igihugu ca Misiri arico catunganije iryo higanwa casereye ihiganwa mu gice c’umunani gishira  icanyuma kitsinzwe n’igihugu ca Afirika y’Epfo naco kihava kirasezererwa mu gice ca kane gishira icanyuma
CAN2019 :Nijeriya yatahukanye ikibanza ca gatatu 
Igihugu ca Nijeriya nico catahukanye ikibanza ca gatatu mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afirika c’umwaka wa 2019 kiriko kibera mu gihugu ca Misiri inyuma yaho cirahiye igihugu ca Tuniziya igitsindo kimwe k’ubusa. Mururwo rukino rwahuje ivyo bihugu uko ari bibiri vyari vyatsinzwe mu gice ca kabiri gishira icanyuma,igihugu ca Nijeriya caronse intsinzi y’igitsindo kimwe cinjiye ku munota wa 3 w’igice ca mbere urukino rutanguye cinjijwe n’umukinyi Odion Ighalo urukino ruhera biruko gutyo Nijeriya kiba gitahiye ikibanza ca gatatu mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afirika c’umwaka wa 2019. Bitegekanijwe ko urukino rwa nyuma rw’iryo higanwa rwo kurondera uwuzotahukana igikombe ruzoba kw’igenekerezo rya 19 Mukakaro umwaka wa 2019 hagati y’igihugu ca Senegal na Algerie igihe c’isaha zitatu z’ijoro ku kibuga Ciro Int’l Stadium.
Imirwi y’Urunani na Dynamo iti tugwanire ikibanza ca kabiri kuko icambere caducitse
Inkino zo mu mpera y’iyi ndwi duhejeje zari zikomeye kandi ni nazo zaraye zishize ahabona umurwi ubaye uwambere mwiri higanwa ry’I Bujumbura, nawo akaba ari Gymkhana. Iyindi mirwi yasigaye igwanira ibibanza bisigaye. Mu nkino zabaye kw’itariki 13 Mukakaro ku kibuga kiri mu gikungu Toyota, umurwi wa les Hyppos wahuye n’umurwi wa Kern urukino ruhera Kern itsinzwe ku manota 74 kuri 68. Inyuma yaho hakurikira urukino rwahuje umurwi w’urunani uhura na Mutanga United, bihera ari intsinzi y’urunani ku manota 84 kuri 74. Isaha indwi muzinga itsindwa nabi na New Star ku manota 101 kuri 67 hama Gymkhana na Dynamo zica zisozera inkino zo kur’uwo musi aho Gymkhana yaca itisnda Dynamo ku manota 69 kuri 67 ari narwo rukino rwaciye ruha umurwi wa Gymkhana kuba umurwi wambere mw’ihiganwa ry’ibujumbura hisunzwe inkino warumaze gutsinda nizo watsinzwe. Itariki 14 Mukakaro naho hongera kuba izindi nkino aho Muzinga yatsinda Mutanga United amanota  98 kuri 73, isaha zitanu Kern itsinda wa murwi uza wamaze kuba uwambere Gymakhana n’intsinzi y’amanota 61 kuri 59, isaha indwi les hyppos itsindwa na Dynamo ku manota 82 kuri 54 hama isaha icenda New Star itsindwa n’Urunani ku manota 84 kuri 54. Mbega Umurwi Gymkhana ninde ? Umurwi Gymkhana kuba wamaze gutsindira ikibanza ca mbere ntibitangaje kuko mu mateka yawo  s’umurwi wa kera ugereranije niyindi mirwi kuko watanguye mu mwaka wi 2016 aho mu mwaka wakurikiye wi 2017 ariwo murwi waciye utahukana igikombe c’itiriwe Umukuru w’igihugu. Inyuma yaho nubwo atagikombe waronse muga warashoboye kwerekana ubugabo mukuronka ikibanza ca gatatu mw’ihiganwa rya basketball ry’I Bujumbura aho mbere wanashitse mu gice ca kabiri gishira icanyuma c’inkino za Playoffs wongera ushika mu gice canyuma c’ihiganwa ry’igihugu (championnat national) ivyo vyose mu mwaka w’inkino wa 2017-2018. Ubu naho wihaye amateka mu gutahukana ikibanza ca mbere n’igikombe mw’ihiganwa ry’ibujumbura. Mu nkino zose zisigaye kugira iri higanwa rihere hasigaye inkino zine arizo
CAN2019 : Senegal na Algerie vyashitse mu gice ca nyuma c’ihiganwa
Igihugu ca Senegal hamwe n’igihugu ca Algerie vyaraye bironse uburenganzira bwo kuja mu gice ca nyuma c’ihiganwa ry’igikombe ca Afirika co mu mwaka wa 2019 inyuma yaho bitsinze inkino z’igice ca kabiri gishira icanyuma ku musi w’Imana igenekerezo rya 14 Mukakaro umwaka wa 2019. Mu rukino rwa mbere rwahuje igihugu ca Senegal hamwe n’igihugu ca Tuniziya,Senegal yatsinze bitoroshe igihugu ca Tuniziya igitsindo kimwe k’ubusa ku munota w’i 101 w’igihe congeweko inyuma y’umwanya wategekanijwe “Prolongation” urukino ruhera Senegal iri imbere gutyo gica gitahukana amahirwe yo kuja mu gice ca nyuma c’ihiganwa. Mu rundi rukino rwa kabiri rwahuje igihugu ca Nigeria hamwe n’igihugu ca Algerie ,Algerie yatahukanye intsinzi inyuma yo gutsinda Nigeria ibitsindo bibiri kuri kimwe ca Nijeria,aho igitsindo ca mbere ca Algerie cabonetse ku munota wa 40 w’igice ca mbere Nigeria ikigombora ku munota wa 72 w’igice ca kabiri, ariko ku munota wa 90 urukino rugombe ruhere Algerie gica kironka ikindi gitsindo ca kabiri gutyo gitahukana intsinzi. Bitegekanijwe ko urukino ruzohuza igihugu ca Tunisie hamwe na Nigeria mu ntumbero yo kurondera uwutahuka ikibanza ca gatatu ruzokinwa ku musi wa gatatu igenekerezo rya 17 Mukakaro 2019 igihe c’isaha zitatu z’ijoro, urukino rw’igice ca nyuma ry’ihiganwa narwo ku musi wa gatanu igenekerezo rya 19 Mukakaro 2019 hagati rukazohuza Senegal na Algerie.
CAN2019 :Algerie na Tunisie vyinjiye mu gice ca kabiri gishira icanyuma
Igihugu ca Algerie hamwe n’igihugu ca Tunisie vyaraye bironse uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri gishira icanyuma mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afirika c’umwaka wa 2019 catunganijwe n’igihugu ca Misiri. Igihugu ca Algerie caronse intsinzi yo kuja murico gice ca kabiri bitoroshe na gato inyuma yaho binganije igitsindo kimwe ku kindi n’igihugu ca Cote d’Ivoire kugeza ku mwanya bongeza « Prolongation » inyuma yaho babona kwifashisha gutera za Penariti bit « Tirs au but mu gifaransa » Algerie yinjiza zine mu gihe Cote d’Ivoire nayo yinjije zitatu gutyo bituma Alegrie ica itahukana intsinzi. Mu rukino rwahuje igihugu ca Tuniziya hamwe n’igihugu ca Madagascar, Tuniziya yatsinze vyoroshe igihugu ca Madagascar ibitsindo bitatu k’ubusa bwa Madagascar ,aho igitsindo ca mbere cinjiye ku munota wa 52 w’igice ca kabiri c’urukino cinjijwe n’umukinyi Ferjani Sassi,icakibiri cinjira ku munota wa 86 cinjijwe na Msakni ica gatatu naco kibona kwinjira ku munota wa 90 cinjijwe n’umukinyi Naim Sliti. Bitegekanije ko igice ca kabiri gishira icanyuma kizoba ku musi w’Imana igenekerezo rya 14 Mukakaro 2019,igihugu ca Senegal kikazohura n’igihugu ca Tunisie igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba,igihugu ca Algerie naco gihure n’igihugu ca Nijeriya igihe c’isaha zitatu z’ijoro.
CAN2019 : Senegal na Nigeria vyashitse mu gice ca kabiri gishira icanyuma
Igihugu ca Senegal hamwe n’igihugu ca Nigeria vyaraye bironse itike ryo gukina igice ca kabiri gishira icanyuma mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afirika c’umwaka wa 2019 kiriko kibera mu gihugu ca Misiri inyuma yo gutsinda inkino zakinye ejo ku musi wa gatatu mu gice ca kane gishira icanyuma. Mu rukino rwahuje igihugu ca Senegal hamwe n’igihugu ca Benin ,Senegal yatsinze Benin igitsindo kimwe k’ubusa bwa Benin cinjijwe n’umukinyi Gana Gueye kumupira yarahawe n’umukinyi Sadio Mane ku munota wa 70 w’igice ca kabiri c’urukino. Mu rundi rukino rugira kabiri rwahuje Nigeria hamwe n’igihugu ca Afirika y’Epfo,Nigeria yatsinze Afirika y’Epfo ibitsindo bibiri kuri kimwe ca Afirika y’Epfo ,igitsindo ca mbere ca Afirika y’Epfo cinjiye ku munota wa 27 w’igice ca mbere c’urukino cinjijwe n’umukinyi Chukwueze ariko ku munota wa 71 w’igice ca kabiri c’urukino Afirika y’Epfo irakigombora ,mu gihe urukino rwari rusigaje umunota 1 kugira umwanya watagekanjiwe uhere umukinyi Troost Ekong aca yinziza igitsindo ca kabiri ca Nigeria gutyo gica gitahukana itsinzi. Inkino za nyuma zitegekanijwe mu gice ca kane gishira icanyuma ,n’uruja guhuza igihugu ca Cote d’Ivoire hamwe na Algerie igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba wo kuruno wa kane igenekerezo rya 11 Mukakaro 2019 hamwe n’uruja guhuza Madagascar hamwe n’igihugu ca Tunisie igihe c’isaha zitatu z’ijoro.
CAN2019 : Ibihugu vya Côte d’Ivoire na Tunisie vyaronse uburenganzira bwo kuja mu gice ca kane gishira icanyuma
Igihugu ca Côte d’Ivoire  hamwe n’igihugu ca Tunisie vyaraye bironse uburenganzira bwo kuja mu gice ca kane gishira icanyuma c’ihiganwa ry’igikombe ca Afirika c’umwaka wa 2019 kiriko kibera mu gihugu ca Misiri inyuma yaho bitsinze inkino z’igice c’umunani gishira icanyuma. Mu rukino rwahuje igihugu ca Côte d’Ivoire hamwe n’igihugu ca Mali,igitsindo c’igihugu ca Cote d’Ivoire cinjiye ku munota wa 76 w’igice ca kabiri c’urukino cinjijwe n’umukinyi Wilfried Zaha urukino rurinda ruhera Cote d’Ivoire irusha Mali igitsindo kimwe. Mu rukino rwahuje igihugu ca Ghana hamwe n’igihugu ca Tunisie,ivyo bihugu vyahejeje umwanya wategekanije binganya igitsindo kimwe ku kindi aho ica Tunisie cinjiye ku munota wa 73 w’igice ca kabiri c’urukino cinjijwe n’umukinyi Khenissi Ghana iza kukigombora ku munota wa 90 umwanya wategekanijwe usa nuwuheze. Urwo rukino rwaciye rubandanya hatangura guterwa za penariti « Tirs au but » ,Ghana yinziza 4 mu gihe Tunisie nayo yinjije 5 zose gutyo bituma Tunisie ironka itike ryo kuja mu gice ca kane gishira icanyuma. Ibihugu vyaronse uburenganzira bwo gukina igice ca kane gishira icanyuma vyose uko ari umunani ni Benin,Senegal,Nijeriya,Afirika y’Epfo,Madagascar , Algerie. Côte d’Ivore hamwe n’igihugu ca Tunisie. Bitegekanijwe ko igice ca kane gishira icanyuma kizotangura ku musi wa gatatu igenekerezo rya 10 Mukakaro 2019, igihugu ca Senegal kikazohura n’igihugu ca Benin igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba,Nijeriya nayo ihure n’igihugu ca Afirika y’Epfo kuruwo musi nyene igihe c’isaha zitatu z’ijoro,mu gihe ku musi wa kane igenekerezo rya 11 Mukakaro 2019 igihugu ca Côte d’Ivoire kizohura n’igihugu ca Algerie igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba ,Madagascar nayo ihure n’igihugu ca Tunisie igihe c’isaha zitatu z’ijoro.
CAN2019 : Ibihugu vya Madagascar na Algerie vyaronse uburenganzira bwo kuja mu gice ca kane gishira icanyuma
Igihugu ca Madagascar hamwe n’igihugu ca Algerie vyaraye bironse uburenganzira bwo kuja mu gice ca kane gishira icanyuma c’ihiganwa ry’igikombe ca Afirika c’umwaka wa 2019 kiriko kibera mu gihugu ca Misiri. Mu nkizo zabaye kuruyu w’Imana,igihugu ca Madagascar catsinze bitoroshe igihugu ca Repuburika iharanira Intwaro rusangi ya Kongo inyuma yaho binganije ibitsindo 2 ku bindi mu mwanya wategekanijwe hamwe no ku mwanya wongeweko “Prolongation” gutyo bibona gutaturwa no gutera penaliti bita “Tirs au buts” mu rurimi rw’Igifaransa Madagasar yinjiza 4 kuri 2 vya Kongo Kinshasa. Mu rukino rwahuje Algerie hamwe n’igihugu ca Guinee,igitsindo ca mbere ca Algerie cinjiye ku munota wa 24 cinjijwe n’umukinyi Guedioura ,icabiri cinjira ku munota wa 57 cinjijwe n’umukinyi Riyad Mahrez mu gihe igitsindo ca gatatu ca Algerie nyene cinjiye ku munota wa 82 w’igice ca kabiri c’urukino cinjijwe n’umukinyi Adam Ounas. Inkino zitegekanijwe kuruno wa mbere igenekerezo rya 8 Mukakaro umwaka wa 2019 ,hari uruja guhuza igihugu ca Mali hamwe n’igihugu ca Cote d’Ivoire igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba ,igihe c’isaha zitatu z’ijoro naho igihugu ca Ghana gitane mu mitwe n’igihugu ca Tunisie. Ibihugu bimaze kuronka uburenganzira bwo gukina igice ca kane gishira icanyuma vyose uko ari bitandatu ni Benin,Senegal,Nijeriya,Afirika y’Epfo,Madagascar hamwe n’igihugu ca Algerie.
Gymkhana itari bwatsindwe ubu nayo yamotereye ingene gutsindwa bimera
Ihiganwa rya basketball yi Bujumbura ryarabandanije mu mpera ziyi ndwi duhejeje aho muri rwa rukurikirane imirwi yose ibandanya kwerekana ubugabo bwayo mu gutangaza ababa baje kurorera aho bimaze no kwibonekeza ko inkino zimara umusi wose bigatuma abantu baronka aho bateramira. Mw’iyi ndwi rero icatangaje abantu batari bake n’itsindwa ry’umurwi Gymakhana aho kuva mu ntango atanarimwe wari bwigere utsindwa muga ubu ukaba waraye ukubitiwe imbere y’abakunzi bawo ubwambere kuva iri higanwa ritangura. Mu nkino zabaye ku musi wagatandatu igenekerezo rya 6 Mukakaro 2019, hari hatagekanijwe ko haba inkino zine. Urukino rwa mbere rwahuje umurwi wa Muzinga n’umurwi wa Gymkhana aho urwo rukino rwari rukomeye cane. Muzinga yari yaje yashavuriye cane uwo Murwi kubera ko wari ugize imisi wigize kananirabagabo. Umurwi Gymkhana uwo musi bawutsinze amanota 90 kuri 81 aho rero kugeza ubu umaze gutsindwa rimwe risa mu nkino zose umaze gukina. Umukinyi Romis wa Muzinga yari yabaye igihangange aho ibintu yariko arakina abantu bose bamutangarira. Isaha zitanu Umurwi les Hyppos watanye mu mitwe n’Urunani, aho urunani rwagiye gutsinda ariko vyagoranye cane ku ntsinzi y’amanota 68 kuri 64. Isaha y’indwi naho Mutanga United ica ihura na New Star aho vyibonekeje ko Mutanga yinanase ukwo ishoboye muga iruhira gutsindwa na New Star ku manota 84 kuri 69. Urukino rwanyuma kur’uwo musi rwahuje umurwi wa Kern n’umurwi wa Dynamo aho berekanye urukino rubereye ijisho kandi rurimwo inguvu zidasanzwe. Rwagiye kurangira ari instinzi ya Dynamo vyagoranye cane ku manota 96 kuri 93. Bukeye naho izo nkino zarabandanije kandi kw’igenekerezo rya 7 Mukakaro 2019 aho hari hategekanijwe izindi nkino zine. Isaha zitatu Urunani rwatanye mu mitwe na Muzinga muga muzinga inguvu zidasanzwe bari baraye bakoresheje vyasa naho zaheze kuko batsinzwe n’urunani ku manota 91 kuri 75. New star nayo ica ihura na Kern isaha zitanu. Uru rukino rwari urukino ruryoheye ijisho kandi rurimwo inguvu aho rwagiye kurangira ari instinzi ya New Star ku manota 66 kuri 65 vyagoranye cane. Isaha indwi Mutanga United ica ihura na Dynamo, urukino rwasa naho umurwi Dynamo wari usumvya inguvu cane Mutanga United biza guhera Mutanga united irushijwe cane ku ntsinzi yamanota 78 kuri 58. Urukino rwanyuma rwasozereye iyo ndwi n’urwahuje umurwi wa Gymakhana n’umurwi wa les Hyppos. Gymakhana yari yaraye itsinzwe na Muzinga yaje yashavuye ica ihereza ishavu ryayo ryose kuri les Hyppos mu kuyitsinda amanita 91 kuri 75. Umukinyi yakinye neza kurusha abandi nuwitwa NSABIMANA Cliff akinira umurwi wa Kern Mu mpera z’iyi ndwi twatanguye inkino zizobandanya kandi aho hategekanijwe inkino zikurikira : Itariki 13 Mukakaro
1. Les Hyppos izokina na Kern ; 2. Urunani na Mutanga United 3. Muzinga na New Star ; 4. Gymakhana na Dynamo. Itariki 14 Mukakaro naho : 1. Muzinga na Mutanga United ; 2. Kern na Gymkhana ; 3. Les Hyppos na Dynamo 4. New Star na Urunani
Gutsinda Umurwi wa Gymkhana muri basketall bisa nivyabaye akananirabahinga
Ihiganwa rya Basketball ry’I Bujumbura ryarabandanije aho mu mpera z’iyi ndwi turangije ku magenekerezo ya 29 na 30 Ruheshi 2019 iryo higanwa ryari risubiye mu muce wo kwisubiriza (Phase retour).  Ku nkino zine zabaye ku musi wa gatandatu itariki 29 aho imirwi Les Hippos na Muzinga zatana mu mitwe igihe c’isaha zitatu z’agatondo, umurwi les Hippos wastinze amanota 86 kuri 70 ya Muzinga hama inyuma yahoo hakurikira urukino rwa Gymkhana na Mutanga United aho urukino rwagiye guhera ari intsinzi ya Gymkhana ku manota 76 kuri 71 ya Mutanga United. Igihe c’isaha icenda New star yatanye mu mitwe na Dynamo, urukino ruza guhera ari Dynamo itsinze ku manota 78 kuri 69 ya New Star. Urukino rwanyuma kur’uwo musi nurwahuje umurwi wa Kern n’umurwi w’Urunani aho urunani rwaca rutsinda Kern ku manota 75 kuri 69. Bukeye kuri 30 Ruheshi inkino zarabandanije aho igihe c’isaha zitatu z’agatondo, Mutanga United yaca yirahira umurwi wa Kern ku ntsinzi y’amanota 82 kuri 71. Isaha zitanu umurwi wa Gymkhana waca wirahira umurwi w’urunani ku manota 73 kuri 63 hama isaha icenda New star na les Hippos zitana mu mitwe aho urukino rwagiye guhera ari intsinzi ya New Star ku manota 79 kuri 65. Urukino rwa nyuma rwahuje Dynamo na Muzinga aho Muzinga yirahira Dynamo mukuyitsinda amanota 97 kuri 89. Tubibutse ko umurwi wa Gymkhana kugeza ubu ata murwi numwe urubahuka kuwutsinda kuva iri higanwa ritanguye aho umaze gutsinda inkino icenda. Biboneka neza ko iri higanwa isa niyamaze kuritwara aho iyindi mirwi iriko iharanira ibibanza bikurikira. Inkino zo mw’iyo ndwi ziheze harigaragaje umukinyi yakinye neza gusumba abandi bose nawe n’umukinyi wa Gymkhana yitwa Ghylin MUNEZERO. Inkino zizobandanya no mu mpera z’iyi ndwi turimwo aho kuri 6 Mukakaro hazohuri imirwi ikurikira : Muzinga na Gymakana ; Les Hyppos n’urunani ; Mutanga United na New star ; Kern na Dynamo. Kuri 7 Mukakaro hazoba izindi nkino aho hazohura imirwi ikurikira : Urunani na Muzinga ; Kern na New star ; Mutanga United na Dynamo ; Gymkhana na les Hyppos.
CAN2019 : Igihugu ca Maroc na Afrika y’Epfo vyatsinze inkino zavyo za kabiri
Igihugu ca Maroc hamwe na Afrika y’Epfo vyaraye bitsinze inkino zavyo za kabiri zakinye mw’ijoro ry’ejo ku musi wa gatanu igenekerezo rya 28 Ruheshi 2019 muri za nkino z’ihiganwa ry’igikombe ca Afrika c’umwaka wa 2019 kiriko kibera mu gihugu ca Misiri. Igihe ca Maroc catsinze igihugu ca Cote d’Ivoire igitsindo kimwe k’ubusa cinjijwe n’umukinyi Nesyri ku munota wa 23 urukino rurinda ruhera biruko, mu gihe mu rukino rwahuje igihugu ca Afrika y’Epfo n’igihugu ca Namibiya ,Afrika y’Epfo yatsinze igitsindo kimwe Namibiya cinjijwe n’umukinyi Bongani Zungu ku munota wa 68 w’igice ca kabari. Mu rundi rukino rwahuje umurwi w’igihugu ca  Tuniziya hamwe n’umurwi w’igihugu ca Mali iyo mirwi uko ari ibiri yanganije igitsindo kimwe ku kindi ,igitsindo ca Mali cinjiye ku munota wa 60 w’igice ca kabiri cinjijwe n’umukinyi Samassekou kija kugomborwa ku munota wa 70 w’igice ca kabiri nyene cinjijwe n’umukinyi Wahbi Khazri. Inkino zitegekanijwe kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 29 Ruheshi 2019 n’uruja guhuza umurwi w’igihugu ca Mauritanie n’umurwi w’igihugu ca Angola igihe c’isaha icumi n’inusu,umurwi w’igihugu ca Ghana ukine n’umurwi w’igihugu ca Cameroun igihe c’isaha imwe y’ijoro mu gihe igihe c’isaha zine z’ijoro haza gukina igihugu ca Benin hamwe n’igihugu ca Guinea Bissau.
CAN2019 : Amahirwe yo kubandanya y’’Intamba mu Rugamba yagabanutse inyuma yo gutsindwa urukino rwa kabari 
Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu rugamba waraye utsinzwe igitsindo kimwe murukino rwawo rwa kabiri mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afrika c’uyu mwaka wa 2019 bituma usigarana amahirwe make yo kubandanya iryo higanwa.
Mururwo rukino Uburundi bwakinye n’igihugu ca Madagascar ,igitsindo cahaye intsinzi igihugu ca Madagascar cinjiye ku munota wa 76 w’igice ca kabiri cinjijwe n’umukinyi Ilaimaharitra ,urukino rurinda ruhera uko,gutyo bituma Uburundi ata nota na rimwe butahukana. Kubakwirikiranira hafi ibijanye n’inkino bavuga ko amahirwe y’umurwi w’Intamba mu Rugamba yo kubandanya ihiganwa asigaye bayarindiriye mu rukino rwa nyuma niyo bagerageza bagatsinda urukino rwa gatatu bakarindira gutorwa mu batsinze bigenjeje neza “Meilleurs perdants” mu rurimi rw’Igifaransa. Mu zindi nkino zabaye ku musi w’ejo, igihugu ca Algerie catsinze igihugu ca Senegal igitsindo kimwe k’ubusa cinjijwe n’umukinyi Belaili ku munota wa 9 w’igice ca kabiri,mu gihe igihugu ca Kenya catsinze igihugu ca Tanzaniya ibitsindo 3 kuri 2 vy’igihugu ca Tanzaniya. Inkino zitegekanijwe kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 28 Ruheshi 2019 ,ruja guhuza igihugu ca Mali na Tunisie igihe c’isaha cumi n’igice,Maroc ihure n’igihugu ca Cote d’Ivoire igihe c’isaha imwe y’ijoro hamwe n’urukino ruja guhuza umurwi wa Afrika y’Epfo hamwe n’igihugu ca Namibie igihe c’isaha zine z’ijoro.

CAN2019 :Misiri na Nijeriya mu gice c’umunani gishira icanyuma
Ibihugu vya Misiri na Nijeriya vyaraye bironse uburenganzira bwo kuja mu gice c’umunani gishira icanyuma mu nkino z’igikombe ca Afirika c’umwaka wa 2019 inyuma yo gutsinda mu rukino rugira kabiri vyakinye ejo ku musi wa gatatu igenekerezo rya 26 Ruheshi umwaka wa 2019. Mu rukino rwahuje igihugu ca Misiri n’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, Misiri yirahiye ico gihugu ibitsindo bibiri k’ubusa bw’igihugu ca  Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo,igitsindo ca mbere ca Misiri kikaba cinjiye ku munota wa 25 w’igice ca mbere c’urukino cinjijwe n’umukinyi Bokadi igitsindo ca kabiri c’ico gihugu nyene cinjira ku munota wa 43 w’igice ca mbere cinjijwe n’umukinyi Mohammed Salah gutyo igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo kiba kirasezeye ihiganwa. Mu rukino rwahuje igihugu ca Nijeriya n’igihugu ca Guinee ,Nijeriya cinjije igitsindo kimwe igihugu ca Guinee  ku munota wa 73 w’igice ca kabiri urukino ruhera Guinee itaronse igitsindo ,mu gihe urukino rwahuje igihugu ca Uganda na Zimbabwe vyose vyanganije igitsindo kimwe ku kindi bituma umurwi wa Uganda uronka amanota 4 mu gihe umurwi wa Zimbabwe ufise inota rimwe. Inkino zitegekanijwe kuruyu wa kane igenekerezo rya 27 Ruheshi umwaka wa 2019 n’urukino ruja guhuza umurwi w’Uburundi n’igihugu ca Madagascar igihe c’isaha icumi n’inusu ,igihugu ca Senegal gihure n’igihugu ca Algerie igihe c’isaha imwe y’ijoro mu gihe igihe c’isaha zine z’ijoro haza guhura imirwi ya Kenya n’igihugu ca Tanzaniya.
CAN2019:Igihugu ca Cameroun caronse amanota 3 inyuma yo kwirahira igihugu ca Guinee Bissau
Igihugu ca Cameroun caraye kironse amanota atatu inyuma yo gutsinda igihugu ca Guinee Bissau ibitsindo bibiri (2) k’ubusa bwa Guinee Bissau mu rukino rwa mbere rwahuje ivyo bihugu bibiri mw’ijoro ryo kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 25 Ruheshi umwaka wa 2019. Igitsindo ca mbere c’igihugu ca Cameroun cinjiye ku munota wa 66 w’igice ca kabiri cinjijwe n’umukinyi Yaya Banana mu gihe igitsindo ca kabiri c’ico gihugu cinjiye ku munota wa 69 w’igice ca kabiri nyene cinjijwe n’umukinyi Bahoken. Kuruwo musi nyene igihugu ca Ghana canganije ibitsindo bibiri ku bindi n’igihugu ca Benin ,aho igitsindo ca mbere ca Ghana cinjiye ku munota w’icenda w’igice ca mbere c’urukino ,icakabiri cinjira ku munota wa 42 w’igice ca mbere ,mu gihe igitsindo ca mbere c’igihugu ca Benin cinjiye ku munota wa kabiri w’igice ca mbere igitsindo ca kabiri naco cinjira ku munota wa 63 w’igice ca kabiri inyuma yaho umukinyi wa Ghana John Boye ahawe ikarata itukura. Inkino zitegekanijwe kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 26 Ruheshi umwaka wa 2019 ziza guhuza igihugu ca Uganda na Zimbabwe igihe c’isaha imwe y’ijoro y’amasaha y’i Burundi hamwe n’urukino ruza guhuza igihugu ca Nigeria n’igihugu ca Guinea igihe c’isaha icumi n’inusu y’amasaha y’i Burundi.
CAN2019 :Ibihugu vya Cote d’Ivoire na Mali vyatsinze inkino zavyo za mbere
Ibihugu vya Cote d’Ivoire  hamwe na Mali vyaraye bitsinze inkino zavyo za mbere vyakinye ejo ku musi wa mbere igenekerezo rya 24 Ruheshi 2016 mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afirika c’uyu mwaka wa 2019 ,mu gihe igihugu ca Tunisie naco canganije igitsindo kimwe ku kindi n’igihugu ca Angola. Mu rukino rwatanguye rwahuje igihugu ca Cote d’Ivoire hamwe n’igihugu ca Afirika y’Epfo,Cote d’ivoire yatsinze ico gihugu igitsindo kimwe Afirika y’Epfo cinjiye ku munota wa 64 w’igice ca kabiri c’urukino cinjijwe n’umukinyi Kodjia. Mu rukino rwahuje Tunisie na Angola ,ivyo bihugu vyahejeje urukino binganya igitsindo kimwe ku kindi aho Tuniziya yaronse igitsindo ku munota wa 34 w’igice ca mbere cinjijwe n’umukinyi Msakni mu gihe Angola yaciye ikigombora ku munota wa 73 w’igice ca kabiri cinjijwe n’umukinyi Djalma. Mu rukino rwahuje igihugu ca Mali na Mauritanie,Mali yatsinze vyoroshe igihugu ca Mauritanie ibitsindo bine kuri kimwe ca Mauritanie icabere kikaba cinjiye ku munota wa 37,icakibiri ku munota wa 45,ica gatatu ku munota wa 55 ica kane naco ku munota wa 74 mu gihe igitsindo ca Mauritanie cinjiye ku munota wa 72 w’igice ca kabiri. Inkino zitegekanije kur’uyu wa kabiri ,igihugu ca Cameroun kiza guhura n’igihugu ca Guinee Bissau igihe c’isaha imwe y’ijoro,Ghana ihure n’igihugu ca Benin igihe c’isaha zine z’ijoro ku masaha yo mu Burundi.
Ntibigiye kworoha muri Basketball y’i Bujumbura 
Mu rukurikirane rwa za nkino za basketball mw’ihiganwa ry’I Bujumbura aho bari ku ndwi igira kane y’inkino mu gice c’ambere inkino zarabandanije aho imirwi ibandanya kwerekana ubugabo mu kibuga. Mu nkino zakinywe kw’ Itariki 22 ruheshi isaha zitanu Umurwi New star wahuye na Les Hippos aho urukino rwari rukomeye rwaheze ari intsinzi ya new Star ku manota 77 kuri 75 ya les Hippos muga imbere yaho gato Umurwi wa Mutanga wari ufitaniye isango na Kern urukino rwahavuye ruba impaga kubera umurwi wa Mutanga wanes gukina ngo nuko hari umukinyi wabo Cubahiro Armand (Mando) yankiwe gukina bivuye ko yarasanzwe akina murindi higanwa ryo mu Rwanda amategeko akaba atemera ko umukinyi akina mu mahiganwa abiri icarimwe. Isaha indwi hakurikiye urundi rukino rwahuje Gymkhana itana mu mitwe n’Urunani aho urukino rwari rurindiranywe igishika cane rwagiye guhera ari intsinzi ya Gymakhana ku manota 57 kuri 50 y’Urunani. Hama isaha icenda urukino rwanyuma kw’uwo musi rwahuje umurwi wa Muzinga na Dynamo aho urukino rwagiye kurangira umugwi wa Dynamo utsinze Muzinga ku manota 85 kuri 73 biboneka neza ko Muzinga yubu Atari ya Muzinga yari imenyerewe bisaba kuza wakenyeye kugira uyihangare. Bukeye bwaho kw’igenekerezo rya 23 ruhenshi inkino zarabandanije Muzinga yari yaraye itsinzwe iti ubu ho ntitwemera. Muga bageze mu Kibuga bongera gukubitwa na les Hippos nayo ubu biboneka ko isigaye itoroshe bivanye n’abakinyi bashasha ifise kandi bakomeye. Urukino rwabo rwaheze ari intsinzi ya les Hippos ku manota 89 kuri 76 ya Muzinga. Ya ngorane nyene ya Mutanga ica yongera kugaruka aho bakubiswe iyindi mpaga n’umugwi wa Gymkhana. New Star nayo iti Dynamo uyu musi turihuriza ubwayi muga mu kibuga biba birahindutse imbere y’umurwi Dynamo aho uyitsindiye ku manota 92 kuri 76 ya New star. Urukino rwanyuma k’wuwo musi rwahuje umurwi w’urunani na Kern. Urunani rwari rwaraye rutsinzwe na Gymkhana rwaje rwaje rwashavuye cane muga rwongera gucishwa bugufi na kern ku manota 55 kuri 53. Inyuma y’izo nkino zose abajejwe ubuhinga barashoboye kurara bamenyesheje umukinyi yavyifashemwo neza kurusha abandi, nawe akaba ari Richard NDIKURIYO hamwe na Elsie IGIRANEZA kuruhande rw’abigeme.
Kugeza ubu umugwi wa Gymkhana niwo umaze kugina inkino zitandatu muga utaratsindwa na rimwe.
CAN2019 :Uganda yonyene mu bihugu vy’Afirika y’Ubuseruko niyo yatsinze mu rukino rwa mbere 
Ibihugu bibiri vyo mu muryango wa Afirika y’Ubuseruko arivyo Tanzaniya hamwe n’igihugu ca Kenya vyaraye bitsinzwe murukino rwa mbere vyakinye mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afirika c’uyu mwaka wa 2019 ririko ribera mu gihugu ca Misiri. Igihugu ca Tanzaniya catsinzwe n’igihugu ca Senegal ibitsindo 2 k’ubusa bwa Tanzaniya aho igitsindo ca mbere ca Senegal cinjiye ku munota wa 28 w’igice ca mbere cinjijwe n’umukinyi Keita Balde,igitsindo ca kabiri cinjira ku munota wa 64 cinjijwe n’umukinyi Krepin Diatta. K’uruhande rw’igihugu ca Kenya,catsinzwe ibitsindo 2 n’igihugu ca Algerie aho ica mbere cinjiye ku munota wa 34 w’igice ca mbere c’urukino cinjijwe n’umukinyi Bounedjah mu gihe igitsindo ca kabiri ca Algerie nyene cinjiye ku munota wa 43 imbere yuko igice ca mbere gihera cinjijwe n’umukinyi Bounedjah. Mu gihe mu bihugu 4 vyo mu muryango wa Afirika y’Ubuseruko vyitavye iryo higanwa Uganda arico conyene kimaze gutsinda mu rukino rwa mbere,igihugu c’Uburundi catsinzwe ku musi wa gatandatu igitsindo kimwe n’umurwi wa Nigeria ,urukino rukira kabiri rw’Uburundi rukaba ruzogihuza n’igihugu ca Madagascar ku musi wa kane igenekerezo rya 27 Ruheshi 2019 igihe c’isaha icumi n’inusu y’amasaha yo mu Burundi.
Iyirukanwa ry’umukinyi  hasigaye amasaha makeya ngw’inkino z’igikombe ca afrika zitangure
Umwe mu bakinyi b’intamba mu Rugamba Yamini Selemani Ndikumana yahoze ari kizigenza w’umurwi nserukiragihugu w’uburundi yirukanywe muri uwo murwi mugihe hasigaye amasaha make igikombe ca Afrika mu mupira w’amaguru gitangure mu gihugu ca Misiri. Nkuko amakuru dukesha abegereye umurwi nserukiragihugu mu gisagara ca Alexandrie Mu gihugu ca Misiri  aho uwo murwi uri mu murwi B  witeguriye gukinira, Yamini Selemani Ndikumana yirukanywe kubera kutavuga rumwe n’umumemenyereza w’intamba mu Rugamba Alain Olivier Niyungeko batazira Mutombola. Ayo makuru akaba yemezwa n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi asanzwe ari muri ico gihugu ca Misiri aho umurwi nserukiragihugu usanzwe uri kugez’ubu. Bikaba vyitezwe ko Ku munsi wa gatandatu uburundi buzohura na Nigeriya mu gikombe ca afrika aho barikumwe mu murwi B n’ibihugu nka Gineya na Madagascar.
Mu mirwi yashizwe ahabona mu gikombe ca  CECAFA ntawuzoserukira uburundi urimwo
Ihiganwa rya CECAFA ryitiriwe Kagame Cup rihuza imirwi yabaye iyambere mubihugu iwabo muri afrika y’ubuseruko n’ihembe rya afrika  rigiye kubera mu gihugu c’Urwanda nta murwi uzoserukira Uburundi urimwo naho igihugu c’uburundi cari catumiwe. Umurwi wabaye uwambere mu Burundi Aigle noir the Fighters wamenyesheje ko ufatiriwe kuko uzoba wagiye mu gihugu ca Tanzaniya aho uzoba uri mu myimenyerezo yo kwitegurira ihiganwa ry’imirwi yabaye iyambere muri Afrika, akaba atawundi murwi ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ryatanze kugira usubirire Aigle noir the Fighters. Aha mwomenya ko izo nkino za CECAFA Kagame Cup imrwi y’uburundi mu mupira w’amaguru yamye  iryitaba mu myaka iheze aho nk’umurwi wa Vital’o wigeze gutwara iryo higanwa mu myaka iheze.
Uburundi bwatsinzwe n’igihugu ca Tuniziya mu rukino rwa kivandimwe
Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi « Intamba mu Rugamba » waraye utsinzwe n’igihugu ca Tuniziya ibitsindo bibiri kuri kimwe mu rukino  rwa kivandimwe mu ntumbero yo kwitegurira ihiganwa ry’igikombe ca Afirika cimirije mu mpera zuku kwezi kwa Ruheshi umwaka wa 2019. Mu rukino rwabereye mu kibuga ca Rades i Tunis ku murwa mukuru wa  Tuniziya, umurwi wa Tuniziya niwo watanguye kuronka igitsindo ca mbere ku munota wa 66 cinjijwe n’umukinyi Khenissi ,Uburundi buza kukigombora inyuma y’iminota 10 ku munota wa 76 w’urukino  cinjijwe n’umukinyi Cedric Amissi. Igitsindo cahaye intsinzi igihugu ca Tuniziya cinjiye ku munota wa nyuma ugira wa 90 cinjijwe n’umukinyi Naim Sliti ,urukino ruca rurangira Tuniziya ifise ibitsindo 2 Uburundi nabwo igitsindo kimwe. Bitegekanijwe ko umurwi nserukiragihugu w’Uburundi uca ufata indege ugana mu gihugu ca  Misiri aho igikombe ca Afirika kizotangurira ku musi wa gatanu  igenekerezo rya 21 Ruheshi 2019,urukino ruzokwugurura iryo higanwa rukazohuza umurwi Wa Misiri hamwe n’igihugu ca Zimbabwe igihe c’isaha zibiri z’ijoro ku murwa mukuru Cairo. Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamaba mu rugamba uri mu murwi umwe n’ibihugu vya Nijeriya,Guinee hamwe n’igihugu ca Madagascar,urukino rwa mbere rukaba rutegekanijwe kw’igenekerezo rya 22 ruheshi 2019 n’igihugu ca Nijeriya urukino rukaobera mu gisaragara ca Alexandrie.
Uburundi bwungutse ibibanza 2 k’urutonde rwa FIFA
Igihugu c’Uburundi cungutse ibibanza bibiri k’urutonde rw’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe umupira w’amaguru kw’isi FIFA inyuma yaho urukino rwa kivandimwe ruherutse rwahuje Uburundi hamwe n’igihugu ca Algerie ,rwaheze ivyo bihugu uko ari bibiri binganya igitsindo kimwe ku kindi Kururwo rutonde rwa FIFA,igihugu c’Uburundi cavuye ku kibanza c’i 136 kija mu kibanza c’134, ibihugu vya Sénégal, Tuniziya na Nigeria akaba arivyo biza mu bibanza vya mbere mu gihe, kw’isi ibihugu vy’Ububirigi, Ubufaransa hamwe n’igihugu ca Bresil biza mu bibanza vy’imbere. Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi utegekanya gukora urukino  rwa nyuma rwa kivandimwe n’umurwi nserukiragihugu wa Tuniziya kuruyu wa mbere igenekerezo rya 17 Ruheshi umwaka wa 2019 i Tunis ku murwa mukuru wa Tunisie, imbere yuko uja muri Misiri mw’ihiganwa ry’gikombe ca Afirika c’umwaka wa 2019. Abakinyi b’intamaba mu rugamba bashitse murico gihugu ejo ku musi w’Imana baca batangura imyimenyerezo ku kibuga ca Rades aho urwo rukino ruhuza Uburundi na Tuniziya ruza kubera kuruno musi mw’ijoro igihe c’isaha z’ibiri n’iminota 15. Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba uri mu murwi umwe n’ibihugu vya Nijeriya,Guinee hamwe n’igihugu ca Madagascar,urukino rwa mbere rukaba rutegekanijwe kw’igenekerezo rya 22 ruheshi 2019 n’igihugu ca Nijeriya urukino rukazobera mu gisaragara ca Alexandrie.
 Imirwi ya basketaball y’i bujumbura yashavuriye rimwe yose 
Imirwi ya basketball y’i bujumbura ibandanya kwerekana ubugabo bwayo aho ukwo bwije ku murwi umwe atariko buca. Imirwi nka yose irakomeye kandi ifise ishaka. Nguku ukwo inkino zihiganwa rya basketball y’i Bujumbura zagenze. Kur’uyu musi ugira gatatu wazo kw’igenekerezo rya 15 na 16 Ruheshi 2019. 1. Urunani 77-60 Muzinga 2. Dynamo 86-68 Mutanga United 3. New Star 81-68 Kern 4.Gymkana 90-84 Les Hyppos ukwo ari inkino zine, zose zari inkino z’inguvu kandi ubona ko bose bipfuza gutsinda. Abakinyi twavuganye bose bavuga bati uwu mwaka nta gufyina bategerezwa gukora ibidasanzwe. Bukeye bwaho naho inkino zarabandanije. Imirwi yahuye kw’igenekerezo rya 16 ruheshi nayo niyi 1. New Star-Mutanga united 2. Urunani -les Hippos 3. Gymkhana- Muzinga 4. Dynamo-Kern Isaha zitatu z’igitondo umurwi New Star wazindutse utana mu mitwe n’umurwi wa Mutanga united aho urukino rwari rubereye ijisho cane rwagiye kurangira ari intsinzi ya New Star ku manota 105 kuri 83 ya Mutanga United. New Star igira iti kuva aho badutsindiye mu nkino zitatu ziheze ubu twaje twashavuye na rirya urukino rwari rwaraye rubaye rwabahuje na Kern bari barutsinze. Isaha zitanu naho haca hakurikira urundi rukino rwahuje Umurwi w’Urunani n’umurwi wa les Hippos. Vyibonekeje cane ko narwo nyene rutari rwohoroshe aho umwanya wagenewe urukino waheze imirwi yose inganya baca bongerwa uwundi mwanya niho umurwi wa les Hippos waca wirahira Urunani ku manota 82 kuri 76. Abanyarunani bati dutsinzwe rimwe mu nkino zitanu tumaze gukina bati reka twisuganye iziri imbere tuzozitsinde. Isaha indwi naho hahuye umurwi wa Gymkhana hamwe n’umurwi wa Muzinga aho umurwi wa Gymkhana watsinze ku manota 69 kuri 46 y’umurwi wa Muzinga. Kugeza ubu Gymkhana niwo murwi wonyene utaratsindwa na rimwe mu nkino zose umaze gukina. Mur’urwo rukino rwahuje iyo mirwi, vyibonekeje cane ko umurwi wa Muzinga wari warushijwe cane. Urukino rwaherukiye nurwahuje imirwi ya Dynamo na Kern aho rwagiye kurangira ari intinzi ya Dynamo ku manota 69 kuri 55 ya Kern. Umusi ugira kane w’ayo mahiganwa uzobandanya ku magenekerezo ya 22 na 23 Ruheshi Twobamenyesha ko murizo nkino zaraye zibaye kuwa 15 na 16 Ruheshi habonetse umukinyi yakinye neza gusumba abandi ari Mbuyi akinira umurwi New Star naho mu bigeme Irakoze Divine wa Berco Star.
Ishirahamwe FFB ryakiriwe intererano yo mu mugambi DUSHIGIKIRE INTAMBA ZACU
Amashirahamwe atandukanye abandanya atanga intererano yayo mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB mu ntumbero yo gushigikira umurwi nserukiragihugu w’Uburundi « Intamba mu Rugamba » mu mugambwi witiriweDUSHIGIKIRE INTAMBA ZACU kugira witegurire neza ihiganwa ry’ibihugu vya Afirika ry’uwu mwaka wa 2019 ,aho kuruno wa kane igenekerezo rya 13 Ruheshi 2019 amshirahamwe ashika 5 harimwo n’inama nshingamateka ariyo yatanze intererano yayo. Mur’ico gikorwa citiriwe DUSHIGIKIRE INTAMBA ZACU,inama nshingamateka y’Uburundi yatanze intererano ingana n’imiriyoni 15 z’amafaranga y’amarundi,ishirahamwe SOBUGEA ritanga imiriyoni 5 y’amafaranga y’amarundi hamwe n’ishirahamwe CECADM yatanze imiriyoni 5 z’amafaranga y’amarundi nyene. Ayandi mashirahamwe yatanze intererano zayo n’ishirahamwe TOYOTA Burundi yatanze imiriyoni 5 z’amafaranaga y’amarundi,ishirahamwe Dura Coati ritanga imiriyoni 5 hamwe n’sihirahamwe Ethiopian Airlines ryatanze imiriyoni 19 z’amafaranga y’amarundi. Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Reverien NDIKURIYO yavuze ko intererano bamaze kwakira gushika ubu muruwo mugambi witiriwe DUSHIGIKIRE INTAMBA ZACU yababa imiriyoni 450 y’amafaranga y’amarundi.
Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi wanganije igitsindo 1 n’igihugu ca Algerie mu rukino rwa kivandimwe
Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi « Intamba mu Rugamba » waraye unganije igitsindo kimwe ku kindi n’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi mu rukino rwa kivandimwe mu ntumbero yo kwitegurira ihiganwa ry’igikombe ca Afirika cimirije muruku kwezi kwa Ruheshi umwaka wa 2019. Mu rukino rwabereye mu gihugu ca Qatar aho umurwi nserukiragihugu w’Uburundi uriko ugirira imyimenyerezo ,igitsindo c’umurwi w’Uburundi cabonetse ku munota wa 68 umukinyi wa Algerie Bounedjah yiyinjije mu gihe igitsindo c’igihugu wa Algerie cinjijwe n’umukinyi Rais M’Bolhi ku munota wa 75 w’urukino. Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamaba mu rugamba uri mu murwi umwe n’ibihugu vya Nijeriya,Guinee hamwe n’igihugu ca Madagascar,urukino rwa mbere rukaba rutegekanijwe kw’igenekerezo rya 22 ruheshi 2019  n’igihugu ca Nijeriya urukino rukaobera mu gisaragara ca Alexandrie.
Urutonde rw’abakinyi 23 b’Intamba mu Rugamba bazoja muri Misiri bashizwe ahabona
Umumenyereza w’intamba mu Rugamba Olivier NIYUNGEKO yashize ahabona urutonde rw’abakinyi 23 b’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi bazoja muri Misiri mu gikombe ca Afirika co mu mwaka wa 2019,abanyezamu akaba ari batatu Jonathan Nahimana, Justin Ndikumana hamwe na Arthyr Mac Arakaza. Abakinyi bo hagati mu kibuga bari  ku rurwo rutonde rw’abakinyi 23 ni Pierrot Kwizera, Gaël Bigirimana, Gaël Duhayindavyi, Moustapha Francis,Enock Nsabumukama hamwe na  Shassir Nahimana. Abakinyi babasatirizi batowe ni umunani (8) aribo Fiston Abdoul-Razak,Saido Berahino, Mohamed Amissi,Cedric Amisi,Shabani Hussein,Elvis Kamsoba,Laudit Mavugo hamwe na Selemani Ndikumana. Abakinyi b’inyuma ni Frédéric Nsabiyumva,Moussa Omar, David Nshimirimana, Ngando Omar, Christophe Nduwarugira,Karim Nizigiyimana.
Uwutwara FFB yashitse kuraba imyiteguro y’abakinyi i Doha
Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Reverien NDIKURIYO  yashitse i Doha mu gihugu ca Qatar aho yishikiye kuraba uko abakinyi b’umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba bariko barakora imyiteguro ijanye no kwitaba inkino z’igikombe ca Afirika kizotangura mu mpera z’uku kwezi kwa Ruheshi 2019 mu gihugu ca Misiri. Reverien NDIKURIYO yashitse aho i Doha mu gihe ejo ku musi wa kabiri, igenekerezo rya 11 Ruheshi 2019, uwo murwi w’Intamba mu Rugamba ufise urukino rwa kivandimwe n’umurwi nserukiragihugu wa Algerie mu  ntumbero yo kwitegurira iryo higanwa. Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi « Intamba mu Rugamba »  uri mu murwi umwe n’ibihugu vya Nijeriya,Guinee hamwe n’igihugu ca Madagascar. Urukino rwa mbere rw’Uburundi rutegekanijwe kw’igenekerezo rya 22 ruheshi 2019 aho buzohura n’igihugu ca Nijeriya mu gisaragara ca Alexandrie, urukino rwa kabiri Uburundi buzohura n’igihugu ca Madagascar kw’igenekerezo rya 27 Ruheshi 2019 igihe c’isaha umunani n’inusu y’amasaha yaha mu Burundi mu gisagara ca Alexandrie mu gihe urukino rugira gatatu Uburundi buzohura n’igihugu ca GUINEE kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi 2019,igihe c’isaha icumi y’amasaha y’i Burundi mu gisagara ca Caire.
Muri Basketball y’i Bujumbura imirwi nka yose yemera intsinzi aruko urukino ruheze
Mu mpera z’iyi ndwi ku magenekerezo ya 8 na 9 Ruhenshi habaye inkino zahuje imigwi ya basketball y’i Bujumbura aho muriki gice ca mbere bita phase allé imigwi nka yose yaje yakenyeye ziraguma kandi ikerekana umupira uhimbaye cane biboneka ko iyo mikangara ifise ishaka ridasanzwe ryo kwerekana ibirori kubaba baje kubarorera. Mu nkino zabaye itariki 8 ruhenshi zari inkino zibereye ijisho aho umurwi wa  Gymkhana wakina n’umurwi wa Kern urukino vyaboneka ko rurimwo inguvu nyinshi cane mu mpande zose muga rukaza kurangira ari intsinzi ya Gymkhana ku manota 77 kuri 76. Umurwi wa Muzinga nawo uti natanzwe kwerekana ko rutitaha, aho wamaramarije ku kibuga umurwi wa Mutanga United n’intsinzi y’amanota 104 kuri 54 ya Mutanga United. umurwi wa Dynamo nawo usanzwe ari umugwi umwe muyiteranye ubwoba wahatswe gukubitirwa imbere y’abafana bawo n’umurwi les Hippos aho mu gice ca gatatu iyo migwi yose yari yegeranye cane mu manota (57-56) muga urukino rukaza kurangira umugwi wa Dynamo utsinze Les Hippos ku manota 79 kuri 73. Hama urukino rwa nyuma rwahuje umugwi wa New star BBC n’Urunani BBC imigwi kera iyo yahura yafatwa nka kumwe hahuye Real Madrid na Barcelona. Rwari urukino rukomeye aho umugwi New Star wari imbere cane amanota ashika 20 muga mu mwanya wa nyuma ayo yose yaravuyeyo gushika naho urukino ruza kurangira umugwi w’Urunani utsinze New Star ku manota 74 kuri 64. Bukeye bwaho kw’igenekerezo rya 9 Ruhenshi inkino zarabandanije kandi zihimbaye ijisho. Mu rukino rwahuje umugwi w’Urunani na Mutanga United rwaheze mutanga ikubiswe cane ku manota 101 kuri 41. Urundi rukino rwari rutangaje cane n’urwahuje umugwi Kern na Les Hippos aho bose vyaboneka ko banganya inguvu ata mwana arimwo. Umwanya waheze banganya amanota 80 bose hama baca babongera uwundi mwanya kugira havemwo umugabo. Uwo mwanya bongewenwagiye guhera ari intsinzi ya Kern ku manota 95 kuri 94 ya Les Hippos. Muzinga nayo iti natanzwe aho inyuma y’urwo rukino yaciye yirahira umugwi New Star muga bigoranye cane kuko vyaboneka ko bose banganya inguvu. Urukino rwagiye kurangira bose bahanze amaso mu kibuga kuko batabona uwuhava vyukuri atahukana iyo ntsinzi. Urukino rwaheze ari intsinzi ya Muzinga ku manota 89 kuri 83 ya New star. Urukino rwanyuma rwahuje Dynamo na Gymkhana aho rwari urukino rwinguvu zidasanzwe aho Gymkhana yatangaje cane abarorerezi mu gutsinda umugwi wa Dynamo ku manota 83 kuri 73. Inyuma y’izo nkino rero kuva ihiganwa ritangura aho rigeze ku musi waryo wa gatatu, nguku ukwo imigwi yifashe : 1. Gymkhana n’Urunani bose bafise intsinzi zitatu ku nkino zitatu nyene 3. Kern ifise intsinzi zibiri yananiwe urukino rumwe 4. Muzinga ifise intsinzi zibiri yananiwe urukino rumwe 5. Les hippos ifise intsinzi imwe yananiwe inkino zibiri 6. Dynamo ifise intsinzi imwe yananiwe inkino zibiri 7. Mutanga utd na New star ku nkino zitatu zose nta na rumwe ziratsinda.
Ihiganwa rya Basketball i Bujumbura inyuma y’ingorane zari zimaze imisi mu bahagarikizi
Incuro nyinshi ihiganwa rigeragezwa ngo ritangure muga bikanka kubera ikibazo cari kiri mu bahagarikizi bavuga ko hari agashirukabute kabo bataronkejwe.  Izo ngorane zimaze gutorerwa umuti, niho kw’igenekerezo rya mbere ruhenshi ihiganwa ryatangura ku ruhande rw’abagabo aho ku musi wa mbere hahuye umurwi Mutanga United na les Hippos urukino ruhera ari intsinzi ya les Hippos ku manota 89 kuri 52 ya Mutanga united. Hama hakurikira urukino rwa Kern itana mu mitwe na Muzinga aho urukino rwaheze ari intsinzi ya Kern ku manota 93 kuri 88 ya Muzinga. Uyu musi igenekerezo rya 2 ruhenshi,inkino zari zabandanyije aho umurwi New star BBC watana mu mitwe na Gymkhana urukino rwari rukomeye rwagiye guhera ari intsinzi ya Gymkhana ku manota 83 kuri 78 . Inyuma yaho haca haba urundi rukino vyibonekeje ko rwari urukino abenshi bari barindiriye cane aho rwahuje umurwi Urunani n’umurwi Dynamo. Urukino rwagiye kugera hagati umurwi Dynamo uri imbere ku manota 26 kuri 22 y’Urunani. Akaruhuko gato gaheze, Urunani ruca ruza rwakenyuye aho rwaciye ruja imbere gushika urukino ruhere. Bihera urinani BBC rutahukanye intsinzi ku manota 47 kuri 35 ya Dynamo.
Umumenyereza w’intamba z’abatarenza imyaka 23 avuga ko biteguriye neza urukino ruzobahuza n’igihugu ca Tanzaniya
Umumenyereza w’umurwi w’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 23 (U23 :Under 23)amenyeshako abakinyi bameze neza bose bakomeye ata numwe afise ikibazo kandi bizeye ko urukino ruzobahuza n’umurwi nserukira gihugu w’igihugu ca Tanzaniya k’umunsi wa gatatu igenekerezo rya 14 Munyonyo 2018 ruzogenda neza. Mu kiganiro umumenyereza w’intamba mu rugamba zitarenza imyaka 23 yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kabiri igenekerezo rya 13 Munyonyo 2018,Joslin BIPFUBUSA yavuze ko kubona umumenyereza mukuru atariho akaba ariwe ariko amenyereza abatarenza imyaka 23 ataco bitwaye kuko ubu ariwe ariko arawumenyereza nk’umumenyereza mukuru . Joslin BIPFUBUSA yavuze ati : « nsanzwe ndi icegera c’umumenyereza w’abatarenza imyaka 23 nico gituma baciye bampa kuyimenyereza kuko uwundi yajanye n’abakinyi bagiye mu rukino ruzobahuza n’igihugu ca Sudan y’Epfo ,ntakibazo kihari kuko narabakwirikiranye kuva mu ntango z’imyimenyerezo yose. » Uwo amenyereza intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 23 avuga kandi ko umukenyuro bakoresheje mu gushikana abatarenza imyaka 20 mu gikombe ca Afrika c’abatarenza 20 ariwo bakoresha mu rurwo rukino rwejo kuko ico barondera ari itsinzi ibaronsa uburenganzira bwo kubandanya inkino zitegekanijwe. K’uruhande rw’umumenyereza w’umurwi w’abatarenza imyaka 23 w’igihugu ca Tanzaniya Bakari SHIME yamenyesheje abamenyeshamakuru ko bakoze imyimenyerezo kugira bitegurire urukino rw’ejo ruzobahuza n’Uburundi ariko urukino rutazokoroha kuko umurwi w’igihugu c’Uburundi usanzwe uhagaze neza. Bakari SHIME avuga kandi ko abakinyi bamwe b’umurwi w’Uburundi babazi kuko harimwo abakinira muri Tanzaniya bizotuma ruba urukino rw’abakinyi bazinanyi ariko kubwabo biteguye bihagije kugira urukino rw’ejo ruzobagendere neza ndetse batahukane intsinzi.
Aigle Noir uza mu kibanza ca mbere inyuma y’inkino z’umusi ugira 14 w’ihiganwa
Ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu cicaro ca mbere mu Burundi ryarabandanije ku munsi waryo wa 14 imirwi ikaba yatsindanye uku gukurikira aho umurwi Aigle Noir wirahiye umurwi Les Lierres ibitsindo 2 k’ubusa bituma Aigle Noir uguma mu kibanza ca mbere n’amanota 38. Umurwi wa Flambeau de l’Est watsinzwe n’umurwi wa Bujumbura City igitsindo 1 k’ubusa bituma Bujumbura City uduga mu kibanza ca gatatu mu gihe wahora mu kibanza ca kane,mu gihe umurwi wa Kayanza United watsinze umurwi wa Flambeau du Centre ibitsindo 2 kuri 1. Umurwi wa Olympique Star watsinze umurwi wa Atletico Olympique ibitsindo 3 kuri 1 mu gihe umurwi wa Ngozi City wanganije n’umurwi wa Messager Bujumbura igitsindo 1 ku kindi. Umurwi wa Vital’O Fc watsinze umurwi wa Musongati Fc igitsindo 1 k’ubusa ,umurwi wa Messager Ngozi watsinze umurwi wa Bumamuru Fc ibitsindo 2 kuri 1. Umurwi wa LLBS4A watsinze umurwi wa Rukinzo Fc igitsindo 1 k’ubusa. Inyuma y’izo nkino,k’urutonde mfatakibanza umurwi wa Aigle Noir niwo uza mu kibanza ca mbere n’amanota 38,umurwi uza mu kibanza ca kabiri n’umurwi wa Musongati Fc ufise amanota 31,ubwa gatatu umurwi wa Bujumbura City n’amanota 23. Kuva mu kibanza ca kane gushika mu kibanza ca 16 arico ca nyuma ,imirwi ikurikirana uku gukurikira Vital’O Fc ,Ngozi City, Rukinzo Fc,LLBS4,Les Lierres,Bumamuru Fc,Flambeau de l’Est,Kayanza United,Messager Ngozi,Olympique Star,Flambeau du Centre,Atletico Olympique,hamwe na Messager Bujumbura uza mu kibanza ca nyuma arico ca 16 n’amanota 7.
Umurundikazi yatowe kuja mu rwego nshingwabikorwa rw’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino muri Afrika
Umukuru w’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi, Liliane NSHIMIRIMANA yatowe kuba mu biro nshingwabikorwa vy’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abamenyeshamakuru b’inkino ku rwego rwa Afrika. Liliane NSHIMIRIMANA yatowe kur’uno wa kabiri, igenekerezo rya 8 Rusama 2018,mu nama igira 81 y’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abamenyeshamakuru b’inkino ku rwego rwa Afrika, yabereye i Brixelles ku murwa mukuru w’igihugu c’Ububirigi. Liliane NSHIMIRIMANA yatowe kurongora ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi AJSB kw’igenekerezo rya 24 Nyakanga 2017. Umukuru w’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi AJSB, niwe mu kenyezi wa mbere yatowe kurongora iryo shirahamwe mu Burundi.
Coupe du Monde : Henry Kane ku rutonde mfatakibanza rw’abinjiza ibitsindo vyinshi
Inyuma y’inkino za kabiri mu mirwi mu gikombe c’isi kiriko kibera mu gihugu c’Uburusiya, umukinyi w’Ubwongereza akaba na kizigenza w’uwo murwi Henry Kane yafashe ikibanza ca mbere ku rutonde mfatakibanza rw’abamaze kwinjiza ibitsindo vyinshi. Henry Kane yatanguye kwiyerekana mu rukino rwa mbere, igihe umurwi w’Ubwongereza watsinda umurwi wa Tiniziya ibitsindo bibiri ku busa, ibitsindo vyose vyinjizwa na Henry Kane. Gushika kuwa gatandatu igenekerezo rya 23 Ruheshi 2018, imbere y’urukino rwahuje Ubwongereza na Panama, Henry Kane yari afise ibitsindo bibiri gusa, ariko muri urwo rukino niho nyene yaciye imbere abakinyi nka Cristiano Ronaldo wo muri Portugal na Romeru Lukaku wo mu Bubirigi bafise ibitsindo bine, inyuma yo utsinda ibitsindo bitatu wenyene. Ku rutonde mfatakibanza, bimeze uku : 1.	Henry Kane (Ubwongereza) : Ibitsindo bitanu
2.	Cristiano Ronaldo (Portugal) : Ibitsindo bine
3.	Romeru Lukaku (Ububirigi) : ibitsindo bine
4.	Denis Sheryshev (Uburusiya) : ibitsindo bitatu
5.	Diego Costa (Espagne) : Ibitsindo bitatu
6.	Artyom Dziouba (Uburusiya) : ibitsindo bibiri
7.	Ahmed Musa (Nijeriya) : Ibitsindo bibiri
8.	Eden Hazard (Ububirigi) : Ibitsindo bibiri Kur’uno wa mbere igenekerezo rya 25 Ruheshi 2018, imirwi itangura gukina inkino za gatatu zo mu mirwi. Uburusiya bukina na Uruguay, Misiri ikine na Arabie Saoudite.
Aigle Noir uza mu kibanza ca mbere k’urutonde mfatakibanza mw’ihiganwa mu cicaro ca mbere
Ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu cicaro ca mbere mu Burundi ryarabandanije ku munsi waryo wa 13 imirwi ikaba yatsindanye uku gukurikira aho umurwi Aigle Noir wirahiye umurwi wa Atletico Olympique ibitsindo 7 k’ubusa mu rukino rwabereye ku kibuga Rumuri mu ntara ya Ruyigi. Umurwi wa Messager Ngozi watsinze 5 umurwi wa Messager Bujumbura ibitsindo 2 ku busa bituma uyo murwi wa Messager Bujumbura uza ubwa nyuma muriryo higanwa. Umurwi waVital’O FC watsinze umurwi wa Ngozi city ibitsindo 3 k’ubusa bwa Ngozi City. Inyuma y’izo nkino,k’urutonde mfatakibanza umurwi wa Aigle Noir niwo uza mu kibanza ca mbere n’amanota 35,umurwi uza mu kibanza ca kabiri n’umurwi wa Musongati Fc ufise amanota 31,ubwa gatatu umurwi wa Ngozi City n’amanota 21. Kuva mu kibanza ca kane gushika mu kibanza ca 16 arico ca nyuma ,imirwi ikurikirana uku gukurikira ,Buja City,Vitalo FC,Rukinzo Fc ,Les Lierres,Rumamuru Fc,Flambeau de l’Est,LLSB4A,Flambeau du centre,Kayanza United,Messager Ngozi,Olympique Star,Atletico Olympique hamwe na Messager Bujumbura uza mu kibanza ca nyuma arico ca 16 n’amanota 6.
Ibirori vyo gutanga ubushimwe butandukanye mu vyaranze ihiganwa PRIMUS League 2018/2019
Kw’ingenekerezo rya 31 Rusama 2019 mu nyubakwa z’ihoteri Royal Palace igihe c’isaha c’umi na zibiri z’umugoroba niho ibirori vyo gutanga ubushimwe butandukanye mu vyagiye biranga ihiganwa PRIMUS LEAGUE ryo mu mwaka Uheze (2018/2019) aho ubwo bushimwe bwatanzwe ku bakinyi bagiye bigenza neza haba mu gukina, gutsinda. Ubwo bushimwe kandi bwaronkejwe n’abandi bantu batandukanye nk’abahagarikizi bigenjeje neza, umumenyereza yakoze ibikor’inka, abafana beza gusumba abandi eka vyari ibirori bibereye ijisho aho hagiye hashikirizwa amajambo atandukanye herekanwa n’amasanamu atandukanye aho berekanye n’isanamu y’ubuzima bwa Papy Fatty umukinyi aherutse kwitaba Imana yahora akinira umurwi Nserukiragihugu w’Uburundi imyaka irenga cumi kandi akaba yarakoze ibikomeye cane mu murwi w’Intamba Murugamba mu nkino zitandukanye yagiye akina. Yitavye Imana asanzwe ari umukinyi mpuzamakungu akinira mu bihugu vyo hanze. Mw’ijambo ryashikirijwe n’uwuserukira ishirahamwe BRARUDI kandi akaba arongoye igisata c’ubudandaji mw’iryo shirahamwe, yashimiye abashitsi bose bari bitavye ivyo birori aho hari abanyacubahiro batari bake nk’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, icegera c’akabiri c’umukuru w’inama Nkenguzamateka, umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imicokama, n’abandi benshi bakunda inkino. Yibukije ko ishirahamwe BRARUDI ribicishije mu Kinyobwa PRIMUS rifata mu mugongo umupira w’amaguru haheze imyaka cumi n’itanu kandi nubu rikibandanya. Yongeye gushima kandi urukino rwiza rwari ruhejeje guhuza kw’uwo musi nyene umurwi w’Intamba Mu rugamba n’umurwi Aigle Noir The fighters w’I Makamba. Yashikirije ko BRARUDI ishimishwa n’iteka Intamba riteye Uburundi bwo kuja guserukira Igihugu mw’ihiganwa rihuza ibihugu vy’Afrika rigiye kubera muri Egiputa. Inyuma y’iryo jambo ry’ikaze ry’uwurongoye igisata c’ubudandaji mw’ishirahamwe BRARUDI, haciye herekanwa isanamu yerekana muri make ingene ihiganwa PRIMUS LEAGUE riheruka ryagenze, ingene imirwi yagiye ikuranamwo gushika aho umugwi Aigle Noir uba uwambere mw’iryo higanwa. Uwo mugwi rero warakoze ibintu bitangaje cane aho mu mwaka umwe gusa watahukanye ibikombe bitatu, igikombe c’umukuru w’igihugu, igikombe c’ubumwe hamwe n’igikombe ca PRIMUS League. Uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB) Umushingamateka Reverien NDIKURIYO yashikirije ijambo abantu bose bari ngaho aho ashima intambwe umupira w’amaguru w’I Burundi ugezeko mu Burundi, muri Afrika mbere no kw’isi. Kur’uwo musi rero wo kurabira hamwe ingene ihiganwa PRIMUS LEAGUE ryagenze, yashimiye ishirahamwe BRARUDI ingene ryama rifasha ishirahamwe ry’umupira w’amaguru aho yamenyesheje ko mu kiringo c’imyaka itanu BRARUDI imaze kugwiza na gatatu amafaranga ryahora ritanga aho ubu rigeze ku miriyoni 180 ku mwaka. NDIKURIYO Reverien yagiriyeko asaba BRARUDI ko vyoba vyiza mbere bongereje amafaranga basanzwe batanga gushika no ku miriyoni 500 kuko ariho ibintu vyogenda neza gusumba ukwo biri ubu. Yanamensheje ko ishirahamwe FFB atako ridakora ngo umupira utere imbere aho bariko bubaka ibibuga vyo gukiniramwo vya kijambere kugira ntihagire inkino zizosubira kubera ahantu hasa nabi. Yashimye cane ingene abahagarikizi bavyifatamwo aho kugeza ubu ata nduru ziraboneka muribo yongera anahimiriza abamemyereza b’imirwi kuza baremera ivyo abahagarikizi bakoze. Yaheraheje ashimira ibihugu nka Quatar na Tunisie bizofata mu mugongo umurwi nserukiragihugu Intamba mu nkino zimirije kandi ashimira abakinyi muri rusangi ingene bavyitwaramwo abatera n’intege kugira barenzeko. Ibirori vyabandanije n’ugutanga ubushimwe butandukanye aho hatanguye gutangwa ubushimwe ku bahagarikizi babiri bavyifashemwo neza gusumba abandi mw’ihiganwa PRIMUS League, nabo ni GATOGATO Geoges na NDIMUNZIGO Pascal.
Bahawe ibahasha irimwo amafaranga ibihumbi amajana atanu umwe wese. Abandi bemerewe agashimwe n’abafana b’umurwi wa Musongati w’I Gitega kubera ko ari abafana bitumwako ngaha mu Burundi bafata mumugongo inkino bagatuma ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ritera imbere aho ibice 50% vy’amafaranga iryo shirahamwe ryaronse yavuye mw’iyo ntara ya Gitega. Uwundi yahawe agashimwe n’umunyegori w’umurwi Aigle Noir the Fighters w’imyaka 17 Aimee Fales ku mateka yiwe kandi aribwo bw’ambere akinye mu cicaro c’ambere akanatwara n’ihiganwa. Umukinyi akina mu mahiganwa yo hanze ariko ari umurundi kandi agakina neza yaronkejwe agashimwe ni Fiston Abdoul Razak. Akandi gashimwe kahawe umurwi Aigle Noir the fighters kuba watwaye ihiganwa PPIMUS League. Ubundi bushimwe bwahawe abakinyi cumi n’umwe bivanye n’ikibanza bakiniramwo mu kibuga, abo nabo batowe n’abamenyeshamakuru. 1. Mw’igori hatowe Onesime RUKUNDO umunyegori asanzwe afatira Messager Ngozi. 2. Chanceux Ndaye yahora akinira umurwi wa rukinzo ubu akinira hanze. 3. Chris NDIKUMANA akinira musongati mu ruhande rw’inyuma k’uruhande ; 4. Mussa Muryango akinira inyuma hagati mu murwi wa Vitalo ; 5. Eric NDIZEYE akinira musongati inyuma ku nimero 4 ; 6. Mabano Shabani akina Hagati mu murwi wa Aigle Noir the fighters ; 7. Ndayishimiye Nyange Yusufu uwundi mukinyi wo hagati akinira Aigle Noir ; 8. Olivier Dusabe umukinyi wa Vitalo akinira hagati ; 9. Iddy Museremu umukinyi w’umusatirizi w’umurwi Messager Ngozi ; 10. Kanakimana Bienvenu akinira ku ruhande rw’ibubamfu, n’umukinyi yakinye neza gurusha bose, yinjiza ibitsindo vyinshi kurusha bose ubu abarizwa muri Atlanta United muri Amerika 11. Saidi Irakoze, umusatirizi wa Musongati, niwe yatsinze ibitsindo vyinshi inyuma ya Kanakimana Bienvenu. Inyuma yaho uwundi yahawe agashimwe ku muriyoni wamafaranga y’amarundi ni Joslin Bipfubusa umumenyereza wa Aigle Noir akongera akamenyereza Intamba z’abatarashikana imyaka 20. Agashimwe ka nyamukuru k’umukinyi yabiciye biracika kahawe umukinyi Kanakimana Bienvenu. Twobamenyesha ko ako gashimwe ariko kaheraheje ibirori vy’uwo musi vyari biteye igomwe kuko abari ngaho bose basangiriye hamwe bongera bivuna akanyota.
Video : Ico umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yabwiye Intamba mu rugamba mbere yuko baja muri Quatar
Amashirahamwe ashika 20 harimwo amabanki akora ubudandaji hamwe n’abantu bigenga ku gatwe kabo batanze intererano y’amafaranga angana imiriyoni 197 y’amafaranga y’amarundi kuruno wa gatatu igenekerezo rya 29 Rusama 2019,muri wa mugambi witiriwe DUSHIGIKIREINTAMBAZACU ujanye no gushigikira umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba mu ntumbero yo kwitegurira ihiganwa rihuza ibihugu vyo k’umugabane wa Afrika ryimirije muri Ruheshi umwaka wa 2019 mu gihugu ca Misiri.
Umumenyereza w’Intamba mu Rugamba yemeza ko bazoshikana uwo murwi ahashimishije mw’ihiganwa rya CAN
Umumenyereza w’Intamba mu Rugamba Olivier NIYUNGEKO amenyeshako icipfuzo ciwe mu gikombe ca Afirika kigiye gutangura mu mpera z’ukwezi kwa Ruheshi aruko bazokora ibishoboka kugira umurwi nserukiragihugu w’Uburundi ushobore gushika kure hashimishije muriryo higanwa. Mu kiganiro yahaye abamenyeshmakuru kur’ uno wa kane igenekerezo rya 30 Rusama 2019,umumenyereza Olivier NIYUNGEKO yavuze ko bishoboka umurwi w’Uburundi ugashika kure kuko wararwanye kugira uronke itike ryo kuja muriryo higanwa kandi kubona umurwi wiwe utigeze utsindwa na rimwe vyerekana ko bafise abakinyi bakomeye. Olivier NIYUNGEKO yavuze ati :“Kuberiki tutobishobora ?,ko twashitse hano tukaronke itike ryo kuja mw’ihiganwa ,kubona tutatsinzwe na rimwe vyerekana ko dufise abakinyi bakomeye.” Uwo mumenyereza w’intamba mu rugamba avuga kandi ko abakinyi bose batumyeko bifashe neza kiretse abatarashika bari mu gihugu ca Kenya kandi ko imyiteguro ijanye n’imyimenyerezo bariko bakora ubu igenda neza. Olivier NIYUNGEKO avuga kandi ko mu ntumbero yo gutegura neza umurwi arongoye kwitaba izo nkino zo mu gihugu ca Misiri bazokina inkino za kivukanyi kw’igenekerezo rya 11 Ruheshi 2019 n’igihugu ca Algerie urukino ruzobera mu gihugu ca Quatar hamwe n’uruzobahuza n’umurwi wa Tunisie i Tunis kw’igenekerezo rya 17 Ruheshi 2019 inyuma yaho bazoca baja mu Misiri aho ihiganwa rizotunganirizwa. Umurwi nserukiragihugu w’Intamba mu Rugamba uri mu murwi umwe n’ibihugu vya Nijeriya,Guinee hamwe n’igihugu ca Madagascar.
Intererano irenga imiriyoni 197 yatanzwe n’amashirahaamwe mu mugambi DUSHIGIKIREINTAMBAZACU
Amashirahamwe ashika 20 harimwo amabanki akora ubudandaji hamwe n’abantu bigenga ku gatwe kabo batanze intererano y’amafaranga angana imiriyoni 197 y’amafaranga y’amarundi kuruno wa gatatu igenekerezo rya 29 Rusama 2019,muri wa mugambi witiriwe DUSHIGIKIREINTAMBAZACU ujanye no gushigikira umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba mu ntumbero yo kwitegurira ihiganwa rihuza ibihugu vyo k’umugabane wa Afrika ryimirije muri Ruheshi umwaka wa 2019 mu gihugu ca Misiri. Amwe murayo mashirahamwe hamwe n’amabanki yatanze iyo ntererano ,n’ishirahamwe ITRACOM ryatanze imiriyoni 50,igisagara ca Bujumbura gitanga imiriyoni 5,ishirahamwe AACB ritanga imiriyoni 3, SEVITEB ritanga imiriyoni 5 ,ALCHEM imiriyoni 5, BRA imiriyoni 5, FAPS imiriyoni 5,Startimes imiriyoni 8. Global Port imiriyoni 10, FIGETRA imiriyoni 10, ADEQ General Business imiriyoni 10 hamwe n’inama nkenguzamataka y’Uburundi yatanze imiriyoni 10. Amabanki yatanze intererano ni Ecobank yatanze imiriyoni 3, CRDB imiriyoni 5, Finbank imiriyoni 5, BNDE imiriyoni 5, BGF imiriyoni 8, Interbank imiriyoni 10 mu gihe abantu batanze ku giti cabo ari umushingamateka yatowe mu ntara ya Gitega Consatantin yatanze imiriyoni 10, uwitwa SAKUBU yatanze imiriyoni 10 hamwe n’uwitwa Venerand na Olivier SUGURU batanze imiriyoni 10. Tubamenyeshe ko n’umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yagendeye abo bakinyi aho bari mu myimenyerezo mu ntumbero yo kubashigikira no kubatera intege. Amafaranga amaze gutangwa gushika ubu angana n’imiriyoni 356 y’amafaranga y’amarundi. Bikaba bitegekanijwe ko ku musi wa gatanu igenekerezo rya 31 Rusama 2019 hazoba urukino ruzohuza umurwi nserukiragihugu hamwe n’umurwi wa Aigle Noir aho umuntu wese yipfuza guterera uwo murwi ahawe ikaze ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE mu kwinjira bakazotanga guhera ku mafaranga ibihumbi 5 no kuguga.
Ligue des champions :Umurwi wa Liverpool waronse itike ryo kuja mu gice ca nyuma c’ihiganwa
Umurwi wa Liverpool waraye uronse uburenganzira bwo kuja mu gice ca nyuma c’ihiganwa rya Ligue des Champions inyuma yo gutsinda umurwi wa Barcelone wo mu gihugu ca Espagne ibitsindo  4 k’ubusa mu rukino rwo gusubiriza rw’igice ca kabiri gishira icanyuma. Mururwo rukino umurwi wa Liverpool waronse igitsindo ca mbere  ku munota ugira indwi w’igice ca mbere c’urukino cinjijwe n’umukinyi Divock Origi,icakabiri cinjira ku munota wa 54  cinjijwe n’umukinyi Wijnaldum mu gihe igitsindo ca gatatu cinjijwe n’uwo mukinyi nyene Wijnaldum ku munota wa 56 w’igice ca kabiri. Igitsindo ca kane arico cahaye itsinzi uwo murwi wa Liverpool cinjiye ku munota wa 79 cinjijwe kandi n’umukinyi Divock Origi. Uwundi murwi waronse uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri gishira icanyuma n’umurwi wa Ajax wo mu gihugu c’Ubuhorande inyuma yo gustinda umurwi wa Juventus wo mu gihugu c’Ubutariyano ibitsindo 2 kuri 1 ca Juventus. Urukino rw’intango rwabereye ku kibuga ca Barcelone muri Espagne ,umurwi wa Barcelone wari watsinze umurwi wa Liverpool ibitsindo 3 k’ubusa bwa Liverpool. Bitegekanijwe ko umurwi wa Liverpool uzohura mu gice ca nyuma c’iryo higanwa n’umurwi uza gutahukira itsinzi murukino ruza guhuza umurwi wa Ajax wo mu gihugu c’Ubuhorande n’umurwi wa Tottenham wo mu gihugu c’Ubwongereza igihe c’isaha zitatu zijoro.
Coupe du president : Imirwi izoja mu gice ca nyuma c’ihiganwa yamenyekanye
Imirwi y’umupira w’amaguru ya  Aigle Noir wo mu ntara ya Makamba hamwe n’umurwi w’igiporisi Rukinzo Fc niyo izohura mu gice ca nyuma mu gikombe citiriwe umukuru w’igihugu inyuma yo gutsinda inkino zo mu gice ca kabiri gishira icanyuma. Mu rukino rwahuje umurwi wa Rukinzo Fc  hamwe n’umurwi wa Ngozi City ku kibuga Ingoma co ku murwa mukuru Gitega,Rukinzo Fc watsinze Ngozi City ibitsindo 3 kuri 1 ca Ngozi City bica biha uburenganzira umurwi wa Rukinzo kuja mu gice ca nyuma c’iryo higanwa. Mu rukino rwahuje umurwi wa Aigle Noir hamwe n’umurwi wa Inter Star ku kibuga co mu ntara ya Muyinga,Aigle Noir yacinze bikomeye uwo murwi wa Inter Star ibitsindo 2 k’ubusa gutyo umurwi wa Aigle uba ugiye  mu gice ca nyuma c’ihiganwa ry’igikombe c’umukuru w’igihugu. Bitegekanijwe ko imirwi ya Ngozi City hamwe n’umurwi wa Inter Star ariyo izoca ihura mu ntumbero yo guhiganirwa ikibanza ca gatatu.
Ligue des Champions:Imirwi ya Tottenham na  Liverpool yaronse itike ryo kuja mu gice ca kabiri gishira icanyuma
Umurwi wa Tottenham  wo mu gihugu c’Ubwongereza waraye uronse uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri gishira icanyuma mw’ihiganwa rya Ligue des Champions inyuma  y’urukino rwawuhuje n’umurwi wa Manchester City. Mururwo rukino rwabereye ku kibuga Etihad Stadium c’umurwi wa Manchestre city,iyo mirwi yarangije urwo rukino Manchester City ifise ibitsindo 4 umurwi wa Tottenham nawo ufise ibitsindo 3 bica biha uburenganzira umurwi wa Tottenham wo kuja mu gice ca kabiri gishira icanyuma kuko mu rukino rwa mbere uwo murwi wari watsinze Manchester City igitsindo kimwe k’ubusa. Uwundi murwi waronse uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri gishira icanyuma n’umurwi wa Liverpool waho mu gihugu nyene c’Ubwongereza inyuma yo gutsinda bimwe bikomeye umurwi wa Fc Porto wo mu gihugu ca Portugal ibitsindo 4 kuri 1 ca Fc Porto. Bitegekanije ko igice ca kabiri gishira icanyuma kizoca gihuza hagati y’iyo mirwi uko ari ine,Umurwi wa Fc Barcelone ukazohura n’umurwi wa Ajax mu gihe umurwi wa Tottenham nawo uzoca uhura n’umurwi wa Liverpool.
Ligue des Champions:Umurwi wa Barcelone waronse itike ryo kuja mu gice ca kabiri gishira icanyuma
Umurwi wa Barcelone wo mu gihugu ca Espagne waraye uronse uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri gishira icanyuma mw’ihiganwa rya Ligue des Champions inyuma yo gutsinda umurwi wa Manchester United wo mu gihugu c’ubwongereza ibitsindo 3 k’ubusa mu rukino rwo gusubiriza rw’igice ca kane gishira icanyuma.
Mururwo rukino rwabereye ku kibuga Camp Nou rw’umurwi wa Barcelone,igitsindo ca mbere cuwo murwi cinjiye ku munota wa 16 cinjijwe n’umukinyi Lionel Messi,icakabiri cinjizwa n’uwo mukinyi nyene ku munota wa 20 w’igice ca mbere c’urukino mu gihe igitsindo ca gatatu cinjiye ku munota wa 61 w’urukino cinjijwe n’umukinyi Philippe Coutinho. Bivugwako urwo rukino rwitabwe n’abarorerezi benshi aho ikibuga carimwo abangana ibihumbi 96.708. Uwundi murwi waronse uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri gishira icanyuma n’umurwi wa Ajax wo mu gihugu c’Ubuhorande inyuma yo gustinda umurwi wa Juventus wo mu gihugu c’Ubutariyano ibitsindo 2 kuri 1 ca Juventus. Urukino rw ‘intango rwabereye ku kibuga OldTrafford c’umurwi wa Manchester United mu gihugu c’ubwongereza, Barcelone watsinze umurwi wa Manchester United igitsindo kimwe ku munota wa 12 w’igice ca mbere urukino rurangira bimeze uko.
Primus Ligue : Imirwi yatsindanye gute mu ndwi ya 29 y’ihiganwa ?
Umurwi usanzwe uza kw’isonga wa Aigle Noir uguma uvyifatamwo neza mu gikombe citiriwe ikinyobwa Primus Ligue aho ku ndwi igira ya 29 uwo murwi watsinze umurwi wa Musongati FC ibitsindo 2 kuri .aho waciye ukwiza amanota 65. Kuriyo ndwi nyene ya 29 w’ihiganwa rya Primus Ligue,umurwi wa Messager Bujumbura watsinzwe n’umurwi wa Olympique Star ibitsindo 4 kuri 2,umurwi wa Vital’O FC nawo utsinda umurwi wa Flambeau du centre igitsindo kimwe mu gihe umurwi wa Rukinzo FC watsinzwe n’umurwi LLBS4A igitsindo 1. Muriyo ndwi nyene,umurwi wa Bujumbura City watsinzwe ibitsindo 3 n’umurwi wa Atletico Olympique,Kayanza United unganya na Flambeau du Centre igitsindo kimwe ku kindi,umurwi wa Messager Ngozi utsinda ibitsindo 3 k’ubusa umurwi wa Ngozi City naho umurwi wa Bumamuru FC utsinda igitsindo 1 umurwi wa Les Lierres. Inyuma y’iyo ndwi ya 29,umurwi wa Aigle Noir uguma kw’isonga n’amanota 65,Vitalo FC uza mu kibanza ca kabiri n’amanota 52 mu bibanza vya 3 nica 4 hakaza imirwi ya Musongati Fc hamwe n’umurwi wa Messager Ngozi naho mu bibanza 2 vya nyuma arivyo vya 15 na 16 haza imirwi ya Flambeau de l’Est hamwe n’umurwi wa Messager Bujumbura.
CAN2019 : Wobuza uzi ibihugu birikumwe mw’itsinda imwe n’Uburundi ?
Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi intamba mu rugamba uri mu murwi wa kabiri “B” mu murwi 6 yerekana uko ibihugu bizohura mu nkino z’igikombe co ku mugabane wa Afrika co mu kwezi kwa Ruheshi 2019 rizobera mu gihugu ca Misiri.
Umurwi wa kabiri B ariwo Uburundi burimwo ugizwe n’ibihugu vya Nijeriya,Guinee hamwe n’igihugu ca Madagascar mu gihugu umurwi wa mbere urimwo ibihugu vya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo,Uganda,Zimbabwe hamwe n’igihugu ca Misiri catunganije izo nkino. Umurwi wa gatatu C ugizwe n’ibihugu vya Senegal,Algerie,Kenya hamwe n’igihugu ca Tanzaniya mu gihe umurwi D ugizwe n’ibihugu vya Maroc,Cote d’Ivoire,Afrique du Sud hamwe n’igihugu ca Namibie. Umurwi E urimwo ibihugu vya Tuniziya,Mali,Mauritanie hamwe n’igihugu ca Angola mu gihe umurwi wa F ariwo wa nyuma ugizwe n’ibihugu vya Cameroun,Ghana,Benin hamwe n’igihugu ca Guinee Bissau. Inyuma y’ihitamwo ryuko imirwi izohura “Tirage au sort” mw’ijoro ryo kuruyu wa gatanu buca ari ku wa gatandatu igenekerezo rya 13 Ndamukiza 2019,bamwe mu bakunzi b’umurwi w’intamba mu rugamba bishikiriza ko umurwi w’Uburundi uri mu mw’itsinda ryiza ku buryo bishobora kuworohera gushika kure muriryo higanwa witavye irya mbere muri kahise ku mupira w’amaguru mu Burundi.
League des Champions :Umurwi wa Barcelone watsinze Machenster United
Umurwi wa Barcelone wo mu gihugu ca Espagne waraye utsinze umurwi wa Manchester United wo mu gihugu c’ubwongereza igitsindo 1 mu rukino rw ‘intango mu gice ca kane gishira icanyuma mu nkino zihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu  vyo ku mugabane wa Buraya(League des Champions). Mururwo rukino rwabereye ku kibuga OldTrafford c’umurwi wa Manchester United mu gihugu c’ubwongereza,Barcelone yaronse igitsindo kimwe ku munota wa 12 umukinyi w’inyuma wa Manchester United yiyinjije urukino rurinda ruhera biruko. Bivugwako ikibuga urwo rukino rwabereyeko hari abarorezi bashika ibihumbi 74.093.
Coupe du president : Uko imirwi izohura mu gice ca kabiri gishira icanyuma vyashizwe ahabona
Umurwi w’igiporisi wa Rukinzo FC ugiye kuzohura n’umurwi wa Ngozi City mu gice ca kabiri gishira icanyuma mu gikombe citiriwe umukuru w’igihugu inyuma yaho iyo mirwi ironse intsinzi yo kuja murico gice. Bitegekanijwe ko umurwi abenshi bataha amahirwe wa Inter Star nawo uzohura n’umurwi wa Aigle Noir w’i Makamba murundi rukino rw’igice ca kabiri gishira icanyuma murico gikombe. Umurwi wa Inter Star watangaje abantu benshi kubona ushika kuriyo ntambwe mu gihe udahabwa amahirwe na gato kandi ukaba warusanzwe uri mu cicaro ca kabiri.
Christophe NKURUNZIZA : “guhimbaza umusi wahariwe inkino ni ngirakamaro kuko zifise akamaro ntangere mu guteza imbere amahoro” 
Umuyobozi w’ishirahamwe ry’urukino rwa Karate mu Burundi Christophe NKURUNZIZA amenyeshako guhimbaza umusi wahariwe inkino harimwo n’urukino rwa karate “ journee international du sport de service developpement et paix », ari ngirakamaro kuko urwo rukino rufise akamaro ntangere ko guteza imbere amahoro hamwe no kwiteza imbere mu buzima bwa misi yose. Christophe NKURUNZIZA avuga ko uravye uko inkino zatanguye kw’isi, vyakozwe mu ntumbero yo kwegerenya imihingo itandukanye yo kw’isi kugira abantu baje hamwe bafise intumbero imwe yo gukina Kugira ibihugu bitere imbere biciye mu nkino. Uwo aserukira urukino rwa Karate mu Burundi avuga ko ku rwego rw’igihugu mu Burundi inkino zafashije cane kugira hatsimbatazwe amahoro hamwe no mw’iterambere ry’igihugu ari naco gituma kwigina uwo musi ari ibintu vy’ukuri atari bintu vyo mu majambo gusa. Christophe NKURUNZIZA avuga ko bafashe umugambi wo guteza imbere urukino rwa karate bazoba bari mu mugambi wo guteza imbere igihugu hamwe no mu kumenyekanisha igihugu mu makungu,kuko urukino ari ikintu kidasanzwe. Kuva mu mwaka wa 2007 ama clubs y’urukino rwa karate yari mu Burundi yashika 9 ariko gushika ubu mu mwaka wa 2019 ageze kuri 66 harimwo z’ayo hagati mu ntara. Guhimbaza umusi wahariwe urukino rwa Karate vyatanguye mu mwaka wa 2014  ariko akaba ibaye incuro ya mbere uwo musi uhimbazwa mu Burundi.
Coupe du President : Imirwi yaronse uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri gishira icanyuma yamenyekanye 
Imirwi ya Inter Star,Aigle Noir ,Ngozi City hamwe n’umurwi wa Rukinzo Fc niyo ironse uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri gishira icanyuma mu gikombe citiriwe umukuru w’igihugu inyuma y’inkino z’igice ca kane gishira icanyuma yatunganijiwe kuruno wa gatandatu igenekerezo rya 6 Ndamukiza 2019. Murizo nkino z’igice ca kane ,umurwi wa Inter Star watsinze umurwi wa Messager  Fc Ngozi ibitsindo 4 kuri 2 vya Messager Fc Ngozi mu gihe umurwi wa Aigle Noir nawo watsinze umurwi wa LLBS4A ibitsindo 3 k’ubusa LLBS4A. Murico gice ca kane nyene gishira icanyuma,umurwi wa Ngozi City watsinze umurwi wa Musongati Fc igitsindo kimwe k’ubusa bwa Musongati Fc mu gihe umurwi wa Rukinzo Fc watsinze umurwi wa Kayanza United igitsindo kimwe k’ubusa bw’umurwi wa Kayanza United. Urutonde rw’uko iyo mirwi izohura murico gice ca kabiri gishira icanyuma ntibiramenyeshwa.
Ikirangamisi c’inkino z’igice ca kane gishira icanyuma c’igikombe c’umukuru w’igihugu camenyeshejwe
Inkino zose z’igice ca kane gishira icanyuma mw’ihiganwa ry’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu zitegekanijwe gukinwa ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 6 Ndamukiza 2019 zose zikazoba kw’isaha imwe y’icenda z’umutaga. Urukino ruzohuza umurwi wa Rukinzo FC hamwe n’umurwi wa Kayanza United rutegekanijwe kuzobera ku kibuga Urumuri co mu ntara ya Ruyigi mu gihe uruzohuza umurwi wa Aigle Noir hamwe n’umurwi wa LLBS4 rutegekanijwe kuzobera ku kibuga Umuco co mu ntara ya Muyinga. Ico kirangamisi cerekana ko urukino ruzohuza Interstar hamwe n’umurwi wa Messager Ngozi ruzobera ku kibuga Ingoma co mu ntara ya Gitega naho urukino ruzohuza umurwi wa Ngozi City hamwe na Musongati FC rukazobera ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE.
Umukinyi w’umurundi Fiston Abdul Razak yashizwe k’urutonde w’umurwi w’abakinyi b’akarorero
Umukinyi w’umurundi Fiston Abdul Razak yashizwe k’urutonde rw’umurwi w’abakinyi beza wo ku mugabane wa Afrika inyuma y’inkino zo gukuranamwo zahuza imirwi yo kuruwo mugabane ijanye no kurondera itike ryo kuja mu gikombe ca Afrika co muruyu mwaka wa 2019 kizobera mu gihugu ca Misiri. Muruwo murwi ugizwe n’abakinyi 11 w’ibihugu bitandukanye vyo ku mugabane wa Afrika harimwo umukinyi Cedric Bakambu wo gihugu ca Reta Iharanira Intwaro rusangi ya Kongo,Mohamed Salah wo mu gihugu ca Misiri,Naby Keita na Salif Coulibaly bo mu gihugu ca Guinnee hamwe n’umukinyi Eric Bailly wo mu gihugu ca Cote d’Ivoire. Kururwo rutonde rwabo bakinyi harimwo Andre Onana wo mu gihugu ca Cameroun,Hakim Ziyech  wo muri Maroc, Yassine Meriah wo mu gihugu ca Tuniziya hamwe n’umukinyi Odion Ighalo wo mu gihugu ca Nijeriya. Fiston Abdul Razak afise imyaka 25 y’amavuka akaba asanzwe akinira umurwi wo mu ciciro ca mbere witwa JS Kabylie wo mu gihugu ca Algerie.
Intamba z’abatarenza imyaka 23 zasezeye ihiganwa ryo kurondera itike rya CANU23 
Umurwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 23 wasezeye ihiganwa ryo kurondera itike ryo kuja mu gikombe ca Afrika uwu mwaka wa 2019 c’abatarenza imyaka 23 inyuma yo kuruno wa kabiri utsinzwe n’umurwi nserukiragihugu wa Congo Brazzaville ibitsindo 2 kuri 1 c’intamba. Mururwo rukino rwabereye ku murwa mukuru Brazzaville w’igihugu ca Congo, Uburundi nibwo bwatanguye kuronka igitsindo ku munota wa 21 mu gice ca mbere c’urukino,igihugu ca Congo kija kukigombora mu mpera z’igice ca kabiri ndetse congera kironka penariti ariyo yaciye igihe intsinzi y’igitsindo ca 2. Mu gihe mu rukino rwa mbere rwabereye i Bujumbura igihugu c’Uburundi hamwe na Congo vyaronse inota rimwe rimwe inyuma yo kunganya ubusa k’ubundi,urukino rw’uno musi rwahaye itsinzi igihugu ca Congo co kubandanya inyuma yo kuronka amanota 3 k’ubusa bw’Uburundi.
CAN2019 :Ibihugu 4 vyo muri EAC vyaronse uburenganzira bwo kwitaba ihiganwa
Imirwi nserukiragihugu 4 y’ibihugu vyo mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko nivyo vyaronse uburenganzira bwo kuja mu gikombe c’inkino gihuza imirwi yo ku mugabane wa Afrika mu nkino z’umupira w’amaguru zizobera mu gihugu ca Misiri mu kwezi kwa Ruheshi uwu mwaka wa 2019. Iyo mirwi uko ari 4 n’umurwi nserukiragihugu wa Kenya,umurwi nserukiragihugu wa Uganda,umurwi nserukiragihugu wa Tanzaniya hamwe n’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi,igihugu kibanyi ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo naco nyene kikaba caronse iryo tike. Ibindi bihugu vyaronse uburenganzira bwo kuja murico gikombe n’imirwi ya  Sénégal ,Maroc, Cameroun, Mali, Algérie, Bénin,Nigeria, Afrique du Sud,Ghana, Zimbabwe, Guinée, Côte d’Ivoire,Angola, Mauritanie,Tunisie, Égypte,Guinée-Bissau, Madagascar,Namibie
Umumenyereza w’intamba avuga ko biteguriye neza urukino ruzobahuza na Gabon
Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba Olivier NIYUNGEKO amenyeshako abakinyi bagize uwo murwi biteguriye neza urukino ruzobahuza n’umurwi nserukiragihugu wa Gabon mu rukino rwo kurondera itike ryo kwitaba ihiganwa ry’igikombe ca Afrika c’uwu mwaka wa 2019. Olivier NIYUNGEKO avuga ko mu ntango z’iyi ndwi ariho abakinyi batangura imyimenyerezo kandi imyiteguro ihagije yakozwe biteguriye kuzokina neza kugira batahukane intsinzi . Uwo amenyereza intamba mu rugamba avuga kandi ko naho umurwi wa Gabon ari umurwi utoroshe abakinyi b’abarundi nabo nyene bakomeye kandi urwo rukino atazoba arurwo mu maguru gusa  ari urukino rwo mu mutwe. Olivier NIYUNGEKO asaba abarundi bose ababa mu Burundi hamwe n’ababa hanze y’igihugu gufata mu mugongo abakinyi b’abarundi ku musi w’urukino. Igikombe co k’umugabane wa Afrika c’umwaka wa 2019 (CAN2019) kitegekanijwe kuzoba mu kwezi kwa Ruheshi 2019 mu gihugu ca Misiri.
Intamba z’abatarenza imyaka 23 zatahukanye inota rimwe
Umurwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 23 waronse inota rimwe inyuma yo kunganya 0-0 mu rukino  n’umurwi nserukiragihugu wa Congo Brazzaville mu ntumbero yo kurondera itike ryo kuja mu gikombe ca Afrika uwu mwaka wa 2019 c’abatarenza imyaka 23. Umumenyereza w’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 23 Omar NTAKAGERO avuga ko abakinyi biwe vyabagoye gutsinda kubera bariko bakina n’abantu batamenyereye kandi umurwi wa Congo Brazzaville wifashe neza ndetse uwo murwi umaze hafi imyaka 5 abakinyi bawugize bakinira hamwe. Omar NTAKAGERO avuga ko  ubu babonye uko uwo murwi wakinye arivyo bazofatirako kugira bitegurire urukino rwo gusubiza ruzobera uri Congo Brazzaville. Urukino rwo gusubiriza rutegekanijwe ku musi wa kabiri w’indwi iza igenekerezo rya 26 Ntwarante 2019 rukazobera ku murwa mukuru Brazzaville w’igihugu ca CongoBrazzaville.
Primus Ligue :Umukinyi yigenjeje neza mu kwezi kwa Ruhuhuma yaronkejwe agashimwe
Umukinyi yigenjeje neza mu kwezi kwa Ruhuhuma  umwaka wa 2019 nw’ihiganwa ryitiriwe ikinyobwa Primus “Primus Ligue”,Iddy MUSEREMU  yaronkejwe agashimwe n’ishirahamwe BRARUDI ku mugoroba wo kuruyu wa kabiri  igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2019 kagizwe n’ibahasha ry’amafaranga ibihumbi 250 vy’amafaranga y’amarundi hamwe n’igikombe. Iddy MUSEREMU avuga ko kubona yaronkejwe ako gashimwe kitiriwe umukinyi mwiza w’ukwezi kwa Ruhuhuma 2019 ata vyifashije wenyene kuko vyavuye mu gushira hamwe n’abandibakinyi ba Messager Ngozi asanzwe akinira. Iddy MUSEREMU avuga ati : « Sinovuga ko navyifashije ndumwe kugira nshike kuriyi ntambwe yo kuba umukinyi yigenjeje neza mu kwezi kwa Ruhuhuma w’uwu mwaka wa 2019, ariko vyavuye mu gufashanya n’abandi dusangiye umurwi nkiniramwo. » Umukinyi Iddy MUSEREMU asanzwe ari umusatirizi w’umurwi wa Messager Ngozi akaba kandi ari k’urutonde rw’abakinyi b’umurwi w’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 23.
Umumenyereza w’intamba z’abatarenza imyaka 23 avuga ko biteguriye neza urukino na Congo Brazzaville 
Umumenyereza w’intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 23 Omar NTAKAGERO amenyeshako abakinyi buwo murwi bameze neza kandi biteguriye urukino ruzobahuza n’umurwi nserukiragihugu wa Congo Brazzaville kuruno wa gatatu igenekerezo rya 20 Ntwarante. Mu kiganiro uwo mumenyereza yahaye abamenyeshamakuru  kuruno wa kabiri igenekerezo rya 19 Ntwarante 2019,Omar NTAKAGERO avuga ko abakinyi bose bameze neza ata numwe arwaye muribo ubu barindiriye urukino rw’ejo. Kubijanye n’abakinyi babasatirizi bataje kugira bitabe urwo rukino,Omar NTAKAGERO avuga ati : “Kubakinyi bataje nk’umukinyi SHAKA twaramusubirije kuko yaramaze ukwezi adakina twaciye tumusubiriza kuko yaravyisabiye ko atoza kuko amerewe nabi.” Urwo rukino rutegekanijwe ku musi wejo  wa gatatu igenekerezo ku kibuga c’umupira w’amaguru citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE mu rukino rwo kurondera itike ryo kwitaba igikombe ca Afrika c’uwu mwaka wa 2019
Woba uzi ibiciro vyo kwinjira kuraba urukino ruzohuza Uburundi na Congo Brazzaville ?
Igiciro c’amatike azotanga uburenganzira bwo kwinjira kuraba urukino ruzohuza umurwi w’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 23 hamwe n’umurwi nserukiragihugu wa Congo Brazzaville  mu rukino rwo kurondera itike ryo kwitaba igikombe ca Afrika c’uwu mwaka wa 2019,c’abatarenza imyaka 23,vyamenyeshejwe aho bitegekanijwe ko amatike azotangura kugurwa mu gatondo k’umusi w’urukino igihe c’isaha zibiri za gatondo. Ivyo biciro vyerekana ko abantu bipfuza kuja mu kibanza c’impande y’ikibuga bazotanga amafaranga ibihumbi 2 y’amarundi,abipfuza kuja mu bwugamo A na D bakazotanga ibihumbi 5,ubwugamo B na C ibihumbi 10 mu gihe abazoja mu bwugamo bw’iteka bazotanga amafaranga y’amarundi ibihumbi 20. Ibibanza bitegekanijwe kudandandarizwamwo ayo matike y’urwo rukino ni aho bita palais des Arts,kuri zone Buyenzi hamwe no ku cicaro c’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB) ku matike y’ibibanza vyo mu bwugamo B na C hamwe nayo mu bwugamo bw’iteka. Urwo rukino rutegekanijwe ku musi wa gatatu w’indwi iza igenekerezo rya 20 Ntwarante 2019 ku kibuga c’umupira w’amaguru citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE aho kizoba cuguruwe kuva igihe c’isaha zitanu z’agatondo gushika igihe c’isaha umunani n’inusu z’umutaga.
Woba uzi urutonde rw’abakinyi b’intamba mu rugamba bitegurira guhura na Congo Brazzaville ?
Urutonde rw’abakinyi  b’umurwi nserukiragihugu intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 23 bagiye kwitegurira urukino  ruzowuhuza n’igihugu ca Congo Brazzaville, mu ntumbero yo kurondera uburenganzira bwo kuja mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afrika c’abatarenza imyaka 23, rwashizwe ahabona muribo hakaba harimwo abakinira hanze y’igihugu nk’umukinyi  Jules Ulimwengu akinira umurwi Rayon sport wo mu gihugu c’Urwanda. Kururwo rutonde rugizwe ahanini n’abakinyi bakinira mu gihugu rugizwe na Rukundo Onesime akinira Messager ngozi,Mutombora Fabien akinira Vipers,Ndizeye Aimé Fales akinira Aigle noir,Moussa Muryango akinira Vital’o Fc,Éric Ndizeye akinira Musongati,Moussa Omar akinira Sofapaka,Chancel Ndaye akinira Rukinzo,Kashindi Joseph wo mu murwi wa Musongati,Ndikumana Chris akinira Musongati,Bigirimana Ramadhan akinira Stand United,Nahimana Moussa akinira Global football academy. Abandi bakinyi bari kururwo rutonde ni Nyange Yousouf akinira Aigle noir,Shabani  Muryango Mabano wa Aigle noir,Ndikumana Moussa akinira Bujumbura city,Ndikumana Trésor,Iddy Museremu,Kanakimana Bienvenue,Aoron Musore,Amissi Mohamed,Mavugo Cédric,Saïdi Irakoze,Gakiza Aimé,Shaka Bienvenue,Éric Ndoriyobija hamwe n’umukinyi Kubuntu Ismaïl. Bitegekanijwe ko abo bakinyi batangura imyimenyerezo kuruno wa mbere igenekerezo rya 11 Ntwarante 2019 mu gihe urukino nyezina ruzoba kw’igenekerezo rya 20 ukwezi kwa Ntwarante 2019 ku kibuga citiriwe umuganwa RUDOVIKO RWAGASORE.
Primus League:Aigle Noir yatahukanye igikombe c’umwaka wa 2018-2019
Umurwi w’umupira w’amaguru wa Aigle Noir wo mu ntara ya Makamba watahukanye igikombe c’ihiganwa ryitiriwe Primus League ry’umwaka wa 2018 ushira umwaka wa 2019 ukaba ugitahukanye ufise amanota angana 61 ukaba waciye uronswa amafaranga angana imiriyoni 12 n’ibihumbi 500 n’ishirahamwe BRARUDI.
Umurwi wa Aigle watahukanye ico gikombe inyuma y’urukino rutaworoheye na gato  n’umurwi Olympique Star kuruyu wa kabiri igenekerezorya 6 Ntwarante ku kibuga Ingoma co ku murwa mukuru wa poritike w’Uburundi Gitega aho Olympique Star watsinze Aigle Noir ibitsindo 3 kuri 2 vya Aigle Noir. Mu rurwo rukino igitsindo ca mbere ca Olympique Star cinjiye ku munota wa 21 w’igice ca mbere Aigle uza kukigombora ku munota wa 37 hatewe penariti,igitsido ca kabiri ca Aigle Noir cinjiye ku munota wa 52 mu gice ca kabiri c’urukino mu gihe igitsindo ca 2 ca Olympique Star cinjiye ku munota wa 76 ,icagatatu naco cinjira ku munota wa 88. Uwo murwi wagiye kugira amahirwe yo gutahukana ico gikombe inyuma yaho imirwi ya Musongati FC hamwe na Flambeau du Centre inganije igitsindo kimwe ku kindi bica biha amahirwe Aigle Noir,aho vyasabwa ko Musongati FC utsinda umurwi wa Flambeau du Centre kugira kurondera uwuzotahukira ico gikombe ca Primus Ligue abandanye aronderwa. Izindi nkino zahuje imirwi kuriryo genekerezo, n’urukino rwahuje Les Lierres FC itsindwa ibitsindo 2 kuri 1 n’umurwi wa Bujumbura City,Messager Bujumbura yatsinze igitsindo 1 umurwi wa Kayanza United mu gihe umurwi wa Ngozi City watsinze igitsindo 1 umurwi wa Atletico Olympique.
Primus Ligue:Uko imirwi igiye guhura ku ndwi ya 26 vyashizwe ahabona
Inkino z’igikombe ca Primus Ligue zigiye kubandanya ku ndwi yayo ya 26,aho umurwi wa Rukinzo FC uza guhura n’umurwi wa Flambeau de l’Est kuruno wa kabiri igenekerezo rya 5 Ntwarante 2019 igihe c’isaha indwi n’inusu z’umutaga ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE,umurwi wa Bumamuru FC uhure n’umurwi wa Vital’O FC uno musi nyene igihe c’isaha icumi kurico kibuga nyene.
Urundi rukino rutegekanijwe kuruno wa kabiri nyene n’uruja guhuza umurwi wa Messager Ngozi hamwe n’umurwi wa LLBS4A igihe c’isaha icenda z’umutaga ku kibuga Urukundo c’i Ngozi. Inkino zitegekanijwe ku musi wa gatatu igenekerezo rya 6 Ntwarante 2019,n’uruzohuza umurwi wa Les Lierres na Bujumbura City igihe c’isaha indwi n’inusu ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore,Messager Bujumura izohura na Kayanza United kurico kibuga nyene igihe c’isaha 10 z’umuhingamo mu gihe ku kuruwo musi nyene ku kibuga c’i Gitega hazoba hariko habera urukino ruhuza Aigle Noir hamwe n’umurwi wa Olympique Star igihe c’isaha indwi z’umutaga. Kuriryo genekerezo nyene rya 6 Ntwarante 2019,Musongati FC izohura na Flambeau du Centre ku kibuga c’i Gitega igihe c’isaha icumi mu gihe Ngozi City izotana mu mitwe n’umurwi wa Atletico Olympique igihe c’isaha icenda z’umutaga ku kibuga Rukundo mu ntara ya Ngozi.
Uburundi bwatahukanye imidare myinshi mu nkino z’igikombe ca Judo
Igihugu c’Uburundi catahukanye imidali itari mike mu nkino z’igikombe ca Judo co ku mugabane wa Afrika (Championnat de la Coupe d’Afrique de Judo Cadet et Junior) aho catahukanye imidari 13 y’inzahabu,14 y’ifeza hamwe n’imidari 13 y’umujumbu ariko bunanirwa no gutwara umudari w’ inzahabu m’urwaruka rutarenza ibiro 60. Murizo nkino zatunganirijwe mu Burundi umusore ALLAMINE Abdel Aziz wo mu gihugu Tchad hamwe na FATIME BARKA Segue w’umwigeme ava mu gihugu ca Tchad atarenza ibiro 52, yaciye  muryahumye abaserukiye ibindi bihugu harimwo Uburundi bitwara iyo midari mugihe uwitwa YOUSSOUF Hussein Ramadan wo muri Tchad  yigenjeje neza mu miyabaga itarenza ibiro 66. Mukibanza ca 2 hibonekeje igihugu ca Tchad aho catwaye imidare  2 y’inzahabu hamwe n’umudare umwe w’ifeza mu gihe igihugu ca  Kenya caje ubwanyuma  giheza ata mudare numwe gitahukiye. Murizo nkino vyigaragaje ko igihugu c’Uburundi citavye izo nkino ku mice nka yose  mu gihe zitabwe n’ibihugu  vyo ku mugabane wa Afrika nka Tchad,Kenya,Urwanda,Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo,Senegal hamwe n’igihugu ca Maroc. Bitumwe  n’uko Uburundi bwatunganije neza inkino nk’izo mu mwaka uheze wa 2018 ,bwaciye buhabwa ayandi mahirwe yo kwongera gutegura iryo higanwa uyu mwaka wa 2019.
PRIMUS LIGUE : Umurwi wa Aigle Noir uguma kw’isonga inyuma yo gutsinda umurwi wa Les Lierres
Umurwi wa Aigle Noir uguma mu kibanza ca mbere n’amanota 61 mu gikombe ca Primus Ligue inyuma y’inkino z’indwi ya 25 aho ku musi w’ejo igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2019 watsinze umurwi wa Les Lierres ibitsindo 2 kuri 1 ca Les Lierres.
Murizo nkino zo ku ndwi ya 25 nyene,umurwi wa Bumamuru FC watsinze Buja City ibitsindo 4 kuri 3,umurwi wa LLBS4A utsindwa igitsindo kimwe k’ubusa n’umurwi wa Vital’O FC mu gihe umurwi wa Messager Bujumbura watsinze umurwi wa Flambeau du centre 2 kuri 1 ca Flambeau du Centre. Umurwi wa Rukinzo FC watsinze umurwi wa Ngozi City igitsindo 1 k’ubusa,umurwi wa Olympique Star utsinda unganyana Messager Ngozi igitsindo 1 ku kindi ,Musongati FC ungana ubusa ku bundi n’umurwi wa Flambeau de l’Est mu gihe umurwi wa Kayanza United watsinze umurwi wa Atletico Olympique ibitsindo 3 kuri 2. Inyuma y’izo nkino z’indwi igira ya 25,inyuma y’umurwi wa Aigle Noir uza mu kibanza ca mbere,ukwirikirwa n’umurwi wa Musongati FC n’amanota 47,mu kibanza ca 3 hakaza umurwi wa Vital’O FC n’amanota 46 mu gihe mu kibanza ca 4 hari umurwi wa Messager Ngozi. Imirwi iza mu bibanza 4 vya nyuma n’umurwi wa Olympique Star ufise amanota 27,umurwi wa LLBS4A ufise amanota 25,umurwi wa Flambeau de l’Est ufise amanota 25 hamwe n’umurwi wa Messager Bujumbura uza mu kibanza ca nyuma arico ca 16 n’amanota 23.
FFB yashize ahabona urutonde rw’abakinyi 25 mu kwitegurira urukino na Gabon
Ishirahamwe rijejwe umupira mu Burundi FFB ryashize ahabona urutonde rw’abakinyi 25 batumweko n’umumenyereza w’umurwi w’intamba mu rugamba Niyungeko Alain Olivier mu ntumbero yo kwitegurira urukino ruzozihuza n’umurwi nserukiragihugu wo mu gihugu ca Gabon  kw’igenekerezo rya 23 Ntwarante 2019.
Bamwe mubari muruyo murwi ni NAHIMANA Jonathan akinira umurwi KMC wo mu gihugu ca Tanzaniya , NDIKUMANA Justin akinira umurwi wa SOFAPAKA wo muri Kenya,ARAKAZA MC Arthur akinira umurwi wa Lusaka Dynamos wo muri Zambia,NSABIYUMVA Frédéric akinira CHIPPA UTD wo muri Afrika y’Epfo , MOUSSA Omar akina mu gihugu ca Kenya,NGANDO Omar akinira mu gihugu c’Urwanda,HARERIMANA R. Léon akinira mu gihugu c’Urwanda,NSHIMIRIMANA David akinira umurwi wo mu Rwanda, NDUWARUGIRA Christophe akinira umurwi wa AMORA TB Saad wo muri Portugal,NIZIGIYIMANA A. Karim akinira Vipers FC wo mu Buganda. Abandi bakinyi bari mu batumweko ni DUHAYINDAVYI Gael akinira mu Rwanda,BIGIRIMANA Gael akinira umurwi Hibernian wo muri Ecosse,KWIZERA Pierre,Al Oruba akinira muri Oman,PAPY Fati akinira Malanti Chiefs mu gihugu ca Swaziland , NAHIMANA Shassiri akinira AL MOJZEL muri Arabie Saoudite,MUSTAFA Francis akinira umurwi wa Gor Mahia wo muri Kenya, SHABANI Hussein akinira umurwi wa Ethiopian Coffee FC wo muri Ethiopie, AMISSI Cédric akinira muri Arabie Saoudite,BERAHINO Saido akinira umurwi wa Stoke City wo mu gihugu c’Ubwongereza,Fiston Abdoul akinira JSK wo mu gihugu ca Algérie. Muruwo murwi w’abatumweko n’umumenyereza harimwo kandi SABUMUKAMA Enock akinira mu gihugu ca Zambia,NDIKUMANA Y. Selemani akinira muri Arabie Saoudite, AMISSI Mohamed akinira mu gihugu ca Hollande, MAVUGO Laudit akinira umurwi wa Zambia hamwe na SHAKA Bienvenue akinira umurwi wa  Etoile du Sahel wo mu gihugu ca Tuniziya.

PRIMUS LIGUE : Umurwi wa Aigle Noir uguma kw’isonga inyuma yo gutsinda umurwi wa LLBS4A
Umurwi wa Aigle Noir niwe uza mu kibanza ca mbere n’amanota 54 inyuma yo gutsinda umurwi wa LLBS4A  ibitsindo kuri 1 ku ndwi ya 22 w’ihiganwa ry’igikombe ca Primus Ligue. Umurwi wa Musongati FC naho watsinzwe igitsindo kimwe k’ubusa n’umurwi wa Vital’O FC uza mu kibanza ca kabiri n’amanota 42 mu gihe Vital’O FC nayo iza mu kibanza ca 3 n’amanota 37. Mu nkino zabaye mu mpera z’iyi ndwi,umurwi wa Rukinzo watsinzwe igitsindo 1 n’umurwi wa Bumamuru,Messager Ngozi itsinda messager Bujumbura ibitsindo 5 kuri kimwe ,Atletico Olympique yatsinze ibitsindo 3 umurwi wa Olympique Star,mu gihe umurwi wa Flambeau de l’Est watsinzwe n’umurwi wa Flambeau du centre ibitsindo 2 kuri 1. Muriyo ndwi ya 22 nyene, umurwi wa Kayanza United  watsinzwe na Buja City ibitsindo 2 kuri 1 mu gihe umurwi wa Les Lierres watsinze Ngozi City igitsindo 1 k’ubusa bw’umurwi wa Ngozi City. Inyuma y’izo nkino uko imirwi ikurikirana inyuma y’imirwi ya Aigle Noir,Musongati Fc na Vital’O FC iza mu bibanza 3 vya mbere,mu kibanza ca kane gushika kuca 16 imirwi ikurikirana uku gukurikira,Buja City,Messager Ngozi,Ngozi City,Rukinzo FC,Kayanza United,Les Lierres,Bumamuru FC,Flambeau du centre,Atletico Olympique,LLBS4A,Flambeau de l’Est,Olympique Star hamwe n’umurwi wa Messager Bujumbura uza mu kibanza ca 16 arico ca nyuma.
CAN U20 : Uburundi bwasezeye ihiganwa inyuma yo gutsindwa
Umurwi w’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 20 waraye usezeye ihiganwa ry’igikombe ca Afrika congera gitakaza amahirwe yo kuja mu gikombe c’isi yose cabatarenza imyaka 20 inyuma yo gutsindwa ku musi w’ejo n’igihugu ca Afrika y’Epfo igitsindo kimwe k’ubusa.
Igitsindo c’igihugu ca Afrika y’Epfo catumye igihugu c’Uburundi gisezera ihiganwa cinjiye ku munota w’umunani w’igice ca mbere c’urukino hatewe penariti,urukino rwose rurinda ruhera vyifashe uko nyene. Mu gice ca kabiri c’urukino,igihugu c’Uburundi caragerageje gusatira bimwe bikomeye kirondera kugombora hamwe n’intsinzi naho caronse amahirwe atari make yo kwinjiza vyaranse ko baronka igitego urukino rurinda ruhera bafise ubusa ku gitsindo kimwe ca Afrika y’Epfo. Uburundi busezeye iryo higanwa bufise inota rimwe hamwe n’ikibanza ca nyuma mu murwi bwarimwo mu gihe igihugu ca Niger kiri muruyo murwi nyene akaba ari naco catunganije izo nkino naco nyene casezeye iryo higanwa inyuma yo kunganya n’igihugu ca Nijeriya.
CAN U20 :Woba uzi amafaranga FFB yemereye umukinyi umwumwe niyo bashikana Uburundi mu gice ca kabiri gishira icanyuma ?
Urwego nshingwabikora vy’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB yemereye gutanga ibahasha ingana n’umuriyoni kumukinyi umwe umwe w’umurwi nserukiragihugu wabadashikana imyaka 20 mu gihe boshikana igihugu mu gice ca kabiri gishira icanyuma batsinze urukino ruza kubahuza n’igihugu ca Afrika y’Efo muri za nkino z’igikombe co kumugabane wa Afrika w’abadashikana imyaka 20. Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB) abicishije k’urubuga rwiwe rwa twitteur,umukenguzamateka Reverien NDIKURIYO yavuze ko buri mukinyi yemerewe amafaranga angana n’umuriyoni w’amafaranga y’amarundi bashikanye intamba mu rugamba mu gice ca kabiri gishira icanyuma. Kugira Uburundi bugire amahirwe yo kubandanya igice ca kabiri gishira icanyuma,butegerezwa gutsinda urukino rw’uno musi ruja kugihuza n’umurwi nserukiragihugu wa Afrika y’Epfo igihe c’isaha cumi n’inusu z’umuhingamo ,Niger nayo ibone gutsindwa canke inganye n’igihugu ca Nijeriya. Umurwi Uburundi burimwo igihugu ca Nijeriya nico kiza mu kibanza ca mbere n’amanota 4,igihugu ca Niger na Afrika y’Epfo binganya amanota 2 mu gihe Uburundi nabwo buza ubwa nyuma n’inota 1.
CAN U20 : Uburundi bwaronse inota 1 inyuma yo kunganya na Niger
Umurwi nserukiragihugu intamba mu rugamba w’abadashikana imyaka 20 waraye urunse inota rimwe inyuma yo kunganya n’umurwi nserukiragihugu wa Niger ibitsindo 3 kuri 3 mu nkino z’igikombe co kumugabane wa Afrika w’abadashikana imyaka 20. Mururwo rukino rutoroheye na gato umurwi w’intamba mu rugamba,igice ca mbere caheze igihugu ca Niger gifise ibitsindo 2 mu gihe Uburundi nabwo bwari bufise igitsindo 1 cinjiye kuri penariti yatewe n’umukinyi Saidi Irakoze ku munota wa 45 igice ca mbere kigombe gihere. Igitsindo ca mbere c’igihugu ca Niger cinjijwe n’umukinyi Issah Salou kuri penalty ateye penariti ku munota wa 18, icakabiri cinjizwa n’umukinyi  Kairou Amoustapha ku munota wa 42 mu gihe igitsindo ca gatatu cinjiye ku munota wa 56 cinjijwe na Mahamadou Sabo. K’uruhande rw’Uburundi igitsindo ca mbere cinjijwe na  Saidi Irakoze ,icakabiri cinzizwa  n’umukinyi Jules Ulimwengu ku munota wa 73 mu gihe ica gatatu cinjijwe na Bienvenue Kanakimana ku munota wa 75 ,Uburundi na Niger bita biheza urukino binganya ibitsindo 3 kuri 3. Kugira Uburundi bugire amahirwe yo kubandanya igice ca kabiri gishira icanyuma,butegerezwa gutsinda igihugu ca Afrika y’Epfo k’urukino ruzogihuza n’ico gihugu ku musi wa gatanu,Niger nayo ibonwe gutsindwa canke inganye  n’igihugu ca Nijeriya. Muruwo murwi wa mbere w’iryo higanwa Nijeriya nico kiza mu kibanza ca mbere n’amanota 4,igihugu ca Niger na Afirika y’Epfo binganya amanota 2 mu gihe Uburundi nabwo buza ubwa nyuma n’inota 1.
CAN U20:Urukino ruhuza Uburundi na Nigeria ruritezwe
Urukino ruhuza umurwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 20 ruritezwe hariya mu gihugu ca Niger aho uja gutana mu mitwe n’igihugu ca Nigeria kuruno wa gatandatu igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2019 mu nkino z’igikombe co kumugabane wa Afrika w’abatarenza imyaka 20. Urwo rukino ruza kuba mu gihe c’isaha z’ibiri n’inusu z’ijoro y’amasaha yo mu gisagara ca Bujumbura, bitegekanijwe ko imirwi ya Afrika y’Epfo hamwe n’umurwi nserukiragihugu wa Niger isanwe iri mu murwi umwe n’Uburundi izoba iriko iratana mu mitwe nayo nyene murayo masaha nyene. Umumenyereza w’intamba mu rugamba zitarenza imyaka 20 Joslin BIPFUBUSA, yatwaye abakinyi 21 bazoserukira igihugu c’Uburundi murizo nkino ,bamwe muribo akaba ari RUKUNDO Onésime wo muri Messager Ngozi, KITENGE Ally Tonton akinira umurwi wa Buja City, NDIZEYE Aimé Fales w’umurwi Aigle noir,SELEMANI Moustafa wo muri Aigle noir,NDORIYOBIJA Eric akinira Stand Utd,,NAHIMANA Steve wo muri Kayanza UTD,NDAYE Chancel akinira Rukinzo Fc,BIGIRIMANA Ramadhan akinira Stand Utd,MURYANGO Mabano Shabani akinira Aigle noir,EZA Armel akinira Kayanza UTD. Abandi bari mubo yatwaye ni  NSHIMIRIMANA Jospin wo muri Aigle noir,MBIRIZI Eric akiniraStand UTD, RAMADHAN Pascal wo muri Musongati Fc ,KANAKIMANA Bienvenu wo muri Aigle noir,MAVUGO Cédric akinira Aigle noir,ULIMWENGU Jules akinira umurwi wa Sunrise, IRAKOZE Saidi wo muri Musongati Fc,RUKUNDO Therenceakinira KAYANZA UTD,MOHAMED Amissi akinira Nac Breda,HAKIZIMANA Héritier akimira Aigle Noir hamwe n’umukinyi BARANDONDERA Abdoul Karim akinira umurwi wa Flambeau du Centre. Uwundi murwi wa kabiri ugizwe n’ibihugu vya Sénégal, Mali, Burkina Faso hamwe n’igihugu ca Ghana. Ibaye incuro ya kabiri igihugu c’Uburundi citavye inkino z’igikombe za Afrika z’abatarenza imyaka 20 inyuma yo mu mwaka w’i 1995 aho Uburundi bwagarukiye mu gice ca nyuma butsinzwe n’igihugu ca Cameroun. Bitegekanijwe ko izo nkino zitangura kuruno wa gatandatu igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2019 zikazorangira kw’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2019.
Abakinyi bazoserukira Uburundi muri CAN U20 bashizwe ahabona
Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba w’abadashikana imyaka 20, Joslin BIPFUBUSA, yashize ahabona urutonde rw’abakinyi 21 bazoserukira igihugu c’Uburundi mu nkino z’igikombe ca Afrika zizobera mu gihugu ca Niger kuva kw’igenekerezo rya 2 Ruhuhuma gushika kw’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2019. Bamwe murabo bakinyi bari kururwo rutonde rugizwe n’abakinyi 21 ni RUKUNDO Onésime wo muri Messager Ngozi, KITENGE Ally Tonton akinira umurwi wa Buja City, NDIZEYE Aimé Fales w’umurwi Aigle noir,SELEMANI Moustafa wo muri Aigle noir,NDORIYOBIJA Eric akinira Stand Utd,,NAHIMANA Steve wo muri Kayanza UTD,NDAYE Chancel akinira Rukinzo Fc,BIGIRIMANA Ramadhan akinira Stand Utd,MURYANGO Mabano Shabani akinira Aigle noir,EZA Armel akinira Kayanza UTD. Abandi bari kururwo rutonde ni NSHIMIRIMANA Jospinwo muri Aigle noir,MBIRIZI Eric akiniraStand UTD, RAMADHAN Pascal wo muri Musongati Fc ,KANAKIMANA Bienvenu wo muri Aigle noir,MAVUGO Cédric akinira Aigle noir,ULIMWENGU Jules akinira umurwi wa Sunrise, IRAKOZE Saidi wo muri Musongati Fc,RUKUNDO Therenceakinira KAYANZA UTD,MOHAMED Amissi akinira Nac Breda,HAKIZIMANA Héritier akimira Aigle Noir hamwe n’umukinyi BARANDONDERA Abdoul Karim akinira umurwi wa Flambeau du Centre. Uburundi buri mu murwi wa mbere A ugizwe n’ibihugu vya Niger, Afrika y’Epfo hamwe n’igihugu ca Nigeria mu gihe umurwi wa kabiri nawo B ugizwe n’ibihugu vya Sénégal, Mali, Burkina Faso hamwe n’igihugu ca Ghana. Ibaye incuro ya kabiri igihugu c’Uburundi citavye inkino z’igikombe za Afrika c’abatarenza imyaka 20 inyuma yo mu mwaka w’i 1995 aho Uburundi bwagarukiye mu gice ca nyuma butsinzwe n’igihugu ca Cameroun. Bitegekanijwe ko izo nkino zizotangura kw’igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2019 zirangire kw’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2019.

Message Mbega boba baragize amahigwe yo kubandanya muzindi nkino ?
Primus Ligue : Umukinyi yigenjeje neza mu kwezi kwa Kigarama yaronkejwe agashimwe
Umukinyi yigenjeje neza  mu kwezi kwa Kigarama umwaka wa 2018 nw’ihiganwa ryitiriwe ikinyobwa Primus “Primus Ligue”,Bienvenue KANAKIMANA yaronkejwe agashimwe n’ishirahamwe BRARUDI kuruno wa mbere igenekerezo rya 28 Nzero 2018 kagizwe n’ibahasha ry’amafaranga ibihumbi 250 vy’amafaranga y’amarundi hamwe n’igikombe. Bienvenue KANAKIMANA avuga ko kubona yaronkejwe ako gashimwe nta kintu gihambaye yakoze catumye aba umukinyi yigenjeje neza mu kwezi kwa Kigarama  kiretse gukunda umurimo wiwe hamwe no kumvira impanuro ahabwa . Uwo mukinyi asaba abandi bakinyi guha agaciro umwuga wabo bongere bumvire ababajejwe kuko arivyo vyobafasha nabo gushikira ako gashimwe kahariwe umukinyi yigenjeje neza mu kwezi. Dorine Gateka ajejwe ikinyobwa Primus amenyeshako icatumye biyumvira gutanga ako gashimwe ari mu ntumbero yo kubandanya bateza imbere umupira w’amaguru biciye mu guha inguvu abakinyi kugira bahiganirwe ico kibanza. Uwo ajejwe ikinyobwa Primus avuga ko uburyo uwo mukinyi aba yigenjeje neza atorwa ata wobigirira amakenga ko hajamwo akamenyane kuko bikorwa n’umurwi w’abamenyeshamakuru 10 bakwirikiranira hafi ibijanye n’umupira w’amaguru bagaheza bagatora uwo babona abikwiriye kandi bisunga kandi no kuwatowe n’abakunzi b’urwo rukino. Ibaye incuro ya gatatu yikurikiranye umukinyi Bienvenue KANAKIMANA aba umukinyi yigenjeje neza m’ukwezi mw’ihiganwa rya  Primus League.
Umumenyereza w’intamba z’abatarenza imyaka 20 avuga ko bagiye kuzana itsinzi muri CAN U20 
Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 20 Joslin BIPFUBUSA amenyeshako abakinyi buwo murwi bagiye kwitaba ihiganwa ry’igikombe ca Afrika c’abatarenza imyaka 20 gushika ubu bahagaze neza kandi ihangiro bihaye arugushika kure muriryo higanwa ndetse bagatahukana igikombe.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa mbere igenekerezo rya 28 Nzero 2019, Joslin BUPFUBUSA yavuze ko ata bwoba afitiye umurwi wiwe kuko bamaze gukina n’imirwi myinshi bizeye ko bazoshika kure muriryo higanwa. Kubona uwo murwi uzoshika ahazobera inkino imbere y’imisi 3 kugira inkino zitangure,Joslin BIPFUBUSA avuga ko ata kibazo bizotera kubijanye no ku mwimbu  kuko bamaze gukinwa n’imirwi itandukanye. Uwo mumenyereza w’intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 20 asaba abarundi bose hamwe n’abakunzi bawo kuguma bashigikiye umurwi w’Uburundi muriryo higanwa. Uburundi buri mu murwi wa mbere A  ugizwe n’ibihugu vya Niger, Afrika y’Epfo hamwe n’igihugu ca Nigeria mu gihe umurwi wa kabiri nawo B ugizwe n’ibihugu vya Sénégal, Mali, Burkina Faso hamwe n’igihugu ca Ghana. Ibaye incuro ya kabiri igihugu c’Uburundi citavye inkino z’igikombe za Afrika c’abatarenza imyaka 20 inyuma yo mu mwaka w’i 1995 aho Uburundi bwagarukiye mu gice ca nyuma butsinzwe n’igihugu ca Cameroun. Bitegekanijwe ko izo nkino zizotangura kw’igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2019 zirangire kw’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2019.
Woba uzi ibiciro vyo kwinjira kuraba urukino ruzohuza Uburundi na Gabon ?
Igiciro c’amatike azotanga uburenganzira bwo kwinjira kuraba urukino ruzohuza umurwi w’intamba mu rugamba w’abakuze hamwe n’umurwi nserukiragihugu wa Gabon mu rukino rwo kurondera itike ryo kwitaba igikombe ca Afrika c’uwu mwaka wa 2019,yamenyeshejwe aho bitegekanijwe ko amatike azotangwa mu gatondo k’umusi w’urukino. Umukuru w’ishirahamwe FFB,umukenguzamateka Reverien NDIKURIYO yamenyesheje ko ku bantu bipfuza kuja mu kibanza c’impande y’ikibuga bazotanga amafaranga ibihumbi 5 vy’amarundi,abipfuza kuja mu bwugamo A na D bakazotanga ibihumbi 10,ubwugamo B na C ibihumbi 50 mu gihe abazoja mu bwugamo bw’iteka ari abafashije bimwe biboneka umurwi w’intamba mu Rugamba batanze amafaranga kuva k’ubihumbi 500 vy’amafaranga y’amarundi no kuduga. Uwo mukuru wa FFB avuga ko imyiteguro yamaze gutangura na cane cane mu bijanye no kurondera uburyo buzokoreshwa, ibijanye n’agashirukabute kazoronswa abakinyi hamwe nuko urwo rukino ruzotunganywa. Mu gihe igihugu c’Uburundi kirondera inota rimwe gusa kugira kironke itike ryo kwitaba inkino z’iryo higanwa,abakinyi bateguriwe agashirukabute kangana n’imiriyoni 3 z’amafaranga y’amarundi kuri buri mukinyi mu gihe bazovyifatamwo neza. Umukenguzamateka Reverien NDIKURIYO asaba abantu bose gufasha uko bashoboye kugira  Uburundi buzotahukane iyo ntsinzi y’akataraboneka.
CAN U20 : Umuhagarikizi w’umurindi Pacifique Ndabihawenimana yatowe mu bazohagarikira inkino
Umuhagarikizi w’umurundi Pacifique Ndabihawenimana yatowe n’ishirahamwe rijejwe umupira ku mugabane wa Afrika kugira azoje mu bahagarikizi mu gikombe gihuza imirwi yo ku mugabane wa Afrika y’abatarenza imyaka 20 kizobera muri Niger mu kwezi kwa Ruhuhuma 2019. Abahagarikizi bo hagati mu kibuga batowe ni 12,Antoine Max Depadoux Affa wo mu gihugu ca Cameroun,Souleiman  Ahmed Djama ava mu gihugu ca Djibouti,Amin Mohamed Amin Mohamed wo mu gihugu ca Misiri,Peter Waweru ava mu gihugu ca Kenya,Boubou Traore wo mu gihugu ca Mali. Abandi bahagarikizi bo hagati mu gihugu ni Heeralall Ahmad Imtehaz wo mu gihugu ca Mauritanie,Moussa Ali Mohamed ava mu gihugu ca Niger,Jean Claude ISHIMWE wo mu gihugu c’Urwanda,Hassan Mohammed Hagi  ava muri Somariya,Ntale Kokou Ognankotan wo mu gihugu ca Togo hamwe na Haythem Guirat ava mu gihugu ca Tuniziya ,bose bakazofashwa abahagarikizi bo k’uruhande bangana 12. Umurwi wa mbere w’iryo higanwa ugizwe n’ibihugu vya Niger, Afrika y’Epfo, Nigeria hamwe n’Uburundi  mu gihe umurwi wa kabiri ugizwe n’ibihugu vya Sénégal, Mali, Burkina Faso hamwe n’igihugu ca Ghana. Bitegekanijwe ko izo nkino zizotangura kw’igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2019 zirangire kw’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2019.
Umurwi wa Dynamo watahukanye igikombe ca Supercup
Umurwi wa wa Dynamo watahukanye igikombe citiriwe SuperCup mu rukino rw’amaboko Basketball inyuma yo gutsinda umurwi w’Urunani ibitsindo 66 kuri 56 vy’Urunani. Urukino rutoroheye na gato umurwi w’Urunani kuko inyuma y’igice ca mbere aho iyo mirwi yagihejeje ibangabanganywe ku bitsindo ,ibice bikurikira umurwi wa Dynamo  wihagazeko kuko wagenda urusha amanota menshi umurwi w’Urunani bituma uca utahukana intsinzi. Mu rukino rwahuje abahoze bakina urwo rukino barenza imyaka 30 muri Basket ball nyene,umurwi wa Shining watsinze umurwi wa Amigo ibitsindo 52 kuri 40 vy’umurwi wa Amigo. Inyuma y’izo nkino haciye hatangwa abakinyi bigenjeje neza mw’ihiganwa rya basketball mu mwaka wa 2017 ushira umwaka wa 2018 mu mice itandukanye
Intamba mu rugamba zabatarenza imyaka 20 zatsinze igihugu ca Uganda
Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba w’abatarenza imyaka 20 watsinze ibitsindo 2 k’ubusa bw’umurwi nserukiragihugu w’igihugu ca Uganda w’abatarenza imyaka 17 mu rukino rwabahuje « Match amical » ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE. Igitsindo ca mbere c’intamba mu rugamba cinjijwe n’umukinyi Cedric Mavugo ku munota w’indwi mu gice ca mbere naho igitsindo ca kabiri cinzizwa n’umukinyi Kanakimana Bienvenue ku munota wa 74 w’igice ca kabiri. Urwo rukino rwatunganijwe mu ntumbero yo kwitegurira inkino z’igikombe zihuza imirwi nserukiragihugu yo ku mugabane wa Afirika y’abatarenza imyaka 20 izobera mu gihugu ca Niger mu kwezi kwa Ruhuhuma uywu mwaka wa 2019,Uburundi bukaba bwararonse uburenganzira bwo kuzitaba.
Coupe du President :Woba uzi uko imirwi izohura  mu gice c’umunani gishira icanyuma ?
Inyuma yaho inkino z’igice ca 16 gishira icanyuma mu gikombe citiriwe umukuru w’igihugu zirangiriye ,uko imirwi izohura mu gice c’umunani gishira icanyuma zashizwe ahabona aho umurwi wa Lumière de Mwumba uzohura n’umurwi ukomeye wa  Aigle Noir wo mu ntara ya Makamba. Umurwi wa Moso Sugar  uzohura n’umurwi wa Rukinzo FC,umurwi wa Buja City  utane mu mitwe na  Inter Star,umurwi wa Top Junior  uzohura n’umurwi wa  Ngozi City mu gihe umurwi wa Flambeau du Centre uzohura n’umurwi wa Musongati. Murico gice c’umunani gishira icanyuma mu gikombe c’umukuru w’igihugu,umurwi wa Flambeau de l’Est  uzohura n’umurwi wa  Messager Ngozi,umurwi wa Kayanza United uhure n’umurwi wa  Messager Bujumubura mu gihe umurwi wa Les Lierres uzohura n’umurwi wa  LLBS4A. Imigwi 16 yo mu cicaro ca mbere yari yashoboye gushika mu gice ca 16 gishira ivanyuma 4 muriyo yarasezerewe, nk’umurwi wa Vital’O FC  hamwe n’umurwi wa Olympic Star yatahukanye ibikombe bibiri biheruka,naho imirwi 12 yo mu cicaro ca kabiri yari yashitse mur’ico gice, 4 niyo yashoboye kubandanya mugihe iyindi 8 yasezerewe.
Coupe du President : Inyuma y’inkino z’igice ca 16 zishira icanyuma,imirwi yatsinze niyahe ?
Mu nkino za nyuma z’igice ca 16 gishira icanyuma mu gikombe citiriwe umukuru w’igihugu,umurwi wa Olympic Star watsinzwe  n’umurwi wa inter Star ibitsindo 2 kuri 1 ,umurwi wa Ngozi City utsinda Santé FC Ngozi  ibitsindo 2 kuri 1 mu gihe umurwi wa LLBS4A watsinze Rumonge City igitsindo1 k’ubusa bwa Rumonge City. Murico gice ca 16 gishira icanyuma ,umurwi wa Messager Bujumbura wanganije n’umurwi wa Butare City igitsindo 1 ku kindi ,mu kiringo cogutera za penariti Messager Bujumbura yinziza 4 kuri 3 za Butare City,umurwi wa Atletico utsindwa na Moso Sugar ibitsindo 2 kuri 1. Murico gice nyene,umurwi wa Bumamuru watsinzwe n’umurwi wa Top Junior ibitsindo 3 kuri 2 mu gihe umurwi wa Flambeau de l’Est watsinze umurwi wa Royal Fc igitsindo 1 k’ubusa bwa Royal FC.
Umukinyi Mohamed Salah yatahukanye agashimwe ka CAFAward2018
Umukinyi Mohamed Salah  aturuka mu gihugu ca Misiri akaba asanzwe akinira umurwi wa Liverpool wo mu gihugu c’Ubwongereza niwe yatowe kuronswa agashimwe k’umukinyi yigenjeje neza  gusumba abandi k’umugabane wa Afrika  mu mwaka wa 2018 « CAFAward2018 » ,akaba aronse ako gashimwe mu myaka ibiri yikurikiranya. Kuruhande rw’abigeme uwitwa KgatlanaThembi wo mu gihugu ca Afirika y’Epfo niwe yatahukanye ako gashimwe ka CAFAward2018 nk’uwarushije abandi bigeme k’umugabane wa Afrika yongera atahukana kandi n’agashimwe k’igitsindo ciza co mu mwaka wa 2018. Iruhande y’ivyo birori vyo gutanga ubushimwe ku bakinyi bigenjeje neza  vyatunganirijwe  I Dakar mu gihugu ca Sénégal, hatanzwe kandi n’udushimwe tw’imigwi nserukirabihugu yigenjeje neza,udushimwe tw’abamenyereza ,utw’umurongozi w’ishirahamwe riserukira umupira w’amaguru mu gihugu yavyifashemwo neza gusumba abandi,agashimwe k’umukinyi akiri muto,agashimwe k’abakinyi bagize umugwi w’akarorero k’umugabane wa Afrika bita "11 type" hamwe n ’agashimwe bita Platinium karonkejwe umukuru w’igihugu ca Sénégal mu kumushimira ku kwitanga kwiwe mu guteza imbere umupira w’amaguru. Murico gikorwa haboneweho akaryo ko kumenyeshako ko igikombe gihuza imirwi nserukiragihugu c’uyu mwaka wa 2019,CAN2019  kizobera mu gihugu ca Misiri.
Igihugu ca Afirika y’Epfo gisa nicakinjuye kwakira inkino za CAN2019
Igihugu ca Afirika y’Epfo kiri muvyipfuza kwakira igikombe co ku mugabane wa Afrika mu rukino rw’umupira w’amaguru CAN y ‘uyu mwaka wa 2019 gishobora gukinjura murico gikorwa inyuma yaho umushikiranganji ajejwe inkino avuze ko gukoresha uburyo bwa Reta mu gutegura ico gikombe reta itabikozwa. Iri higanwa rihuza imirwi nserukirabihugu ya Afrika mu rukino rw’umupira w’amaguru ntiriraronka igihugu kizoritunganya inyuma yaho igihugu ca  Cameroun cari caritunganije kuryakira itashoboye gushitsa ibisabwa ku  gihugu ciyemeje kwakira izo nkino hamwe n’ibibazo vy’umutekano ico gihugu gifise. Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika y’Epfo, Dr Danny Jordaan, yavuze ko inyuma yaho hafatiwe ingingo yo kwaka Cameroun gutunganya izo nkino, CAF yabasavye kwakira iryo higanwa ariko atavuganye n’abo ku rwego rw’igihugu kuko ishirahamwe arongoye itovyishoboza idafashwe mu mugongo na Reta. Ibihugu vya Afrika y’Epfo  hamwe n’igihugu ca Misiri nivyo vyahabwa amahirwe kuzokwakira izo nkino, ariko umushikiranganji w’inkino muri Afrika y’Epfo Tokozile Xasa yashikirije kw’ibijanye no gukoresha amafaranga mu gutegura iryo higanwa batabikozwa. Iyo ngingo yatumye iha amahirwe mesnhi  igihugu ca Misiri kuko ingingo ya nyuma y’ishirahamwe kubijanye n’igihugu kizokwakira izo nkino iza gutangazwa uno musi mu gihugu ca Sénégal aho hatangirwa agashimwe k’umukinyi yigenjeje neza ku mugabane wa Afrika. Igihugu cakiriye izo nkino gikoresha amafaranga angana hafi imiriyoni 10 z’amadorare y’abanyamerika.
Marc MANIRAKIZA yahora arongoye umurwi wa Messager Ngozi ntakiri murayo mabanga
Uwahora arongoye umurwi wa Messager Ngozi Marc MANIRAKIZA batazira Pochen ntakiri murayo mabanga inyuma yaho yanditse ikete asaba guhagarika ibikorwa vyiwe. Amakuru atangwa na Académie Le Messager FC k’urubuga rwayo rwa facebook amenyeshako Marc MANIRAKIZA abicishije mw’ikete yandikiye uwurongoye  uyo murwi yamenyesheje ko ahagaritse amabanga yo kurongora umurwi Messager Ngozi. Académie Le Messager FC ibandanya ivuga ko Marc MANIRAKIZA yatanze imvo zabitumye kandi bitatumye ibikorwa bihagarara muruyo murwi ariko bibandanya nkuko vyahora.
CAF : Abakinyi bazohiganirwa agashimwe ka Aiteo CAF Awards bashizwe ahabona
Ishirahamwe ryo k’umugabane wa Afrika rijejwe umupira w’amaguru,CAF ryashize ahabona urutonde rw’abakinyi 3 bagiye guhiganirwa agashimwe kitiriwe Aiteo CAF Awards umwaka wa 2018 umwe mubazohiganirwa ubwo bushimwe akaba ari Sadio Mané akinira umurwi wa Liverpool asanzwe avuka mu gihugu ca Sénégal. Abandi bari mubazohiganirwa ako gashimwe ni Mohamed Salah akinira umurwi wa Liverpool akaba avuka mu gihugu ca Misiri) hamwe na Pierre-Emerick  akinira umurwi wa Arsenal akaba aturuka mu gihugu ca Gabon. Abamaze gutahukana ako gashimwa ku ncuro 5 bikwirikiranya hariho Michael Essien wo mu gihugu ca  Ghana akaba yagatwaye kuva mu mwaka wa 2005 gushika mu mwaka wa 2009 naho Yaya Touré Nyenyeri wo mu gihugu ca  Côté d’Ivoire agitwara incuro 5 nawe nyene yikurikiranya kuva mu mwaka wa 2011 gishika mu mwaka wa 2015. Bitegekanijwe ko ako gashimwe k’uyu mwaka wa 2018 kiritiwe Aiteo CAF Awards kazotangwa kw’igenekerezo rya 8 Nzero umwaka wa 2019 i Dakar mu gihugu ca Sénégal.
PRIMUS LIGUE : Umurwi wa Aigle Noir uguma kw’isonga inyuma yo gutsinda Atletico Olympique
Umurwi wa Aigle Noir waraye utahukanye amanota 3 inyuma yo gutsinda umurwi wa Atletico Olympique mu kuwutsinda ibitsindo 2 kuri 1 c’umurwi wa Atletico Olympique mw’ihiganwa ry’igikombe ca Primus Ligue bikaba vyatumye nubu ariwo uguma kw’isonga mw’iryo higanwa. Iyo ntsinzi yatumye uwo murwi wa Aigle Noir ushikana ibitsindo 49 mu nkino 19 murizo ukaba umaze gutsinda inkino 15,ivyo biruko nkuko vyabaye k’umurwi wa Messager Ngozi mw’ihiganwa ryo ku mwaka uheze aho mu nkino 19 warumaze gutsinda inkino 15 bica bituma uruhukira gutwara ico gikombe. Inkino zitegekanijwe gukinwa kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 26 Kigarama umwaka wa 2018,n’urukino ruza guhuza umurwi wa Atletico Olympique na Les Lierres igihe c’isaha indwi n’inusu ku  kibuga citiriwe umuganwa RUDOVIKO RWAGASORE,kuriyo saha nyene ku kibuga co mu Ruyigi Flambeau de l’Est ukina n’umurwi wa Messager Ngozi. Izindi nkino zitegekanijwe kuruno musi nyene n’uruhuza umurwi wa Aigle Noir na Kayanza United,umurwi wa Ngozi City nawo ukine n’umurwi wa Vitalo’o Fc,Flambeau du centre uhure na Buja City ,Olympique Star nawo ukine n’umurwi wa LLBS4A ku kibuga c’i Muyinga mu gihe umurwi wa Rukinzo Fc uza gukina n’umurwi wa Musongati Fc igihe c’isaha icumi ku kibuga citiriwe umuganwa Rudiviko RWAGASORE.
Manchester United : Jose Mourinho yirukanywe 
Umumenyereza w’umurwi wa Manchester United wo mu gihugu c’Ubwongereza,Jose MOURINHO yirukanywe murayo mabanga inyuma yaho uyo murwi utsinzwe n’umurwi wa Liverpool k’umusi w’Imana uheze. Mu majambo yashikirijwe n’abakuru buyo murwi bavuze ko bashimira cane umumenyereza Jose Mourinho ku kazi yakoze mu misi yaramaze amenyereza uyo murwi kandi bamwipfurije kuroranirwa muvyo azojamwo. Jose Mourinho w’imyaka 55 asanzwe ava mu gihugu ca Portugal akaba amaze kumenyereza imirwi itari mike harimwo umurwi wa Chelsea wo mu gihugu c’Ubwongereza akaba amaze kumenyereza n’iyindi mirwi yo mu bihugu vya Portugal,Ubutariyano hamwe no mu gihugu ca Espagne.
League des champions : Uko imirwi izohura mu gice c’umunani gishira icanyuma vyashizwe ahabona 
Urutonde rw’uko imirwi izohura mu gice c’umunani gishira icanyuma mu nkino zihuza imirwi yabaye iya mbere k’umugabane wa Buraya “League des champions” rwasohotse aho umurwi wa Manchester United uzohura n’umurwi wa Paris Saint Germain,umurwi wa Schalke nawo uhure n’umurwi wa  Manchester City. Ku rurwo rutonde umurwi wa Atletico Madrid uzohura na Juventus wo mu Butariyano,umurwi wa Tottenham uhure na  Borussia Dortmund wo mu Budagi naho umurwi wa Lyon nawo uzohura n’umurwi wa  Barcelone wo mu gihugu ca Espagne. Umurwi wa AC Roma wo mu Butariyano uzohura n’umurwi wa  Porto wo muri Portugal,umurwi wa Ajax Amsterdam wo mu gihugu ca Hollande uhure n’umurwi wa   Real Madrid wo muri Espagne mu gihe umurwi wa Liverpool wo mu Bwongereza uzohura n’umurwi wa  Bayern Munich wo mu Budagi. Bitegekanijwe ko inkino za mbere zitangura zizoba ku magenekerezo ya 12,13 ,19 na 20 ukwezi kwa Ruhuhuma 2019,inkino zo gusubiriza nazo zibe ku magenekerezo ya 5,6 12 na 13 ukwezi kwa Ntwarante umwaka wa 2019.
EACBungeGames:Umurwi wa EALA watsinze bitoroshe igihugu ca Tanzaniya
Umurwi userukira inama nshingamateka y’ibihugu bihurikiye mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko watsinze umurwi w’inama nshingamateka na nkenguzamateka wo mu gihugu ca Tanzaniya mu mupira w’amaboko Volleyball mu kuwutsinda amaseti 3 kw’iseti 1 ya Tanzaniya muri rwa rukurikirane rwa za nkino zihuza amanama nshingamateka na nkenguzamateka y’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’Ubuseruko. Mu rukino rwabaye mu gatando ko kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 8 Kigarama 2018 rwabereye ku kibuga c’ubushikiranganji bw’inkino n’imico kama umurwi userukira igihugu w’inama nshingamateka ya EALA watsinze bitaworoheye amaseti 3 kuri 1 ya Tanzaniya. Mururwo rukino nyene rwa Volleyball,umurwi userukira inama nshingamateka na nkenguzamateka y’Uburundi k’uruhande rw’abagore watsinze umurwi userukira EALA uruhande rw’abagore nyene iseti 3 k’ubusa bw’umurwi wa EALA. Inkino zitegekanijwe k’umutaga wo kuruyu wa gatandatu nyene mu mupira w’amaguru uruja guhuza igihugu c’Uburundi na Tanzaniya igihe c’isaha umunani hamwe n’urukino ruja guhuza igihugu ca Uganda n’umurwi wa EALA.
EACBungeGames :Uburundi bwatsinze Uganda muri Volleyball
Umurwi userukira inama nshingamateka na nkenguzamateka mu mupira w’amaboko Volleyball uruhande rw’abagabo w’igihugu c’Uburundi watsinze bimwe bikomeye umurwi userukira abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka bo mu gihugu ca Uganda muri za nkino  zihuza amanama nshingamateka na nkenguzamateka y’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’Ubuseruko. Mu rukino rwabereye ku kibuga c’ubushikiranganji bw’inkino n’imico kama ,umurwi userukira inama nshingamateka na nkenguzamateka z’Uburundi muri Volleyball watsinze bitaworoheye  umurwi userukira abashingamateka ba EALA amaseti 3 kw’iseti 1 y’igihugu ca Uganda.. Kurico kibuga nyene umurwi userukira inama nshingamateka na nkenguzamateka wa Kenya watsinze umurwi wa EALA iseti 3 kw’iseti 1 ya EALA. Mu rukino rw’umupira w’amaguru rwahuje kandi Uburundi na Uganda,urukino rwarangiye banganya igitsindo kimwe ku kindi hagati yiyo mirwi uko ari ibiri mu gihe igihugu ca Tanzaniya naco catsinze umurwi userukira abanshingamateka ba EALA ibitsindo 2 k’ubusa. Mu rukino rwa Netball,igihugu ca Uganda catsinze Uburundi ibitsindo 69 kuri 21 vy’Uburundi mu gihe mu rurwo rukino nyene Kenya yatsinze Tanzaniya ibitsindo 52 kuri 29 vya Tanzaniya. K’uruhande rw’abagore muri volleyball,igihugu c’Ubuganda catsinze umurwi w’Uburundi biworoheye iseti 3 k’ubusa bw’umurwi w’Uburundi. Inkino zitegekanijwe k’umusi wa gatanu igenekerezo rya 7 Kigarama 2018,n’urukino rwa Golf,urukino rwo gusiganwa ku metero 800 hamwe n’imetero 100,urukino rwa Volleyball hagati ya EALA na Tanzaniya hamwe n’inkino zo k’uruhande rw’abagore muri Volleyball hagati ya Kenya na Tanzaniya hamwe n’uruzohuza umurwi wa EALA n’umurwi w’Uburundi.

EACBungeGames :Uburundi bwatsinze umurwi userukira EALA 
Umurwi userukira inama nshingamateka na nkenguzamateka mu mupira w’amaboko Volleyball uruhande rw’abagabo w’igihugu c’Uburundi  Watsinze bimwe bikomeye  umurwi userukira abashingamateka bo mumuryango wa Afrika y’Ubuseruko  mu kuwutsinda amaseti 3 kubusa bwa EALA(East African Legislative Assembly) muri rwa rukurikirane rw’inkino zihuza amanama nshingamateka na nkenguzamateka y’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’Ubuseruko. Mu rukino  rwabereye ku kibuga c’ubushikiranganji bw’inkino n’imico kama umurwi userukira inama nshingamateka na nkenguzamateka z’Uburundi  muri Volleyball watsinze biworoheye umurwi userukira abashingamateka ba EALA  amaseti 3 wikurikiranya k’ubusa bwa EALA. Mu rukino rwa Netball rwahuje igihugu ca Kenya hamwe n’umurwi wa EALA ,Kenya yatsinze uyo murwi ibitsindo 44 kuri 12 vy’umurwi wa EALA. Mu rukino rw’umupira w’amaguru rwahuje igihugu ca Kenya n’umurwi wa EALA ,umurwi wa EALA watsinze igihugu ca Kenya ibitsindo 2 kuri kimwe. Inkino zitegekanijwe kuruyu wa kane igenekerezo rya 6 Kigarama 2018 nizizohuza Uburundi na Uganda muri Netball,volleyball,football k’uruhande rw’abagabo hamwe  na football hagati ya Tanzaniya n’umurwi wa EALA hamwe na Volleyball k’uruhande rw’abagore hagati y’Uburundi na Uganda hamwe no hagati ya Tanzaniya n’umurwi wa EALA.
EACBungeGames :Kenya yatsinze bikomeye igihugu ca Tanzaniya
Umurwi userukira inama nshingamateka na nkenguzamateka mu mupira w’amaboko Volleyball uruhande rw’abagabo w’igihugu ca Kenya wirahiye umurwi userukira abashingamateka n’abakenguzamateka w’igihugu ca Tanzaniya  mu kuwutsinda amaseti 3 kubusa bwa Tanzaniya mu rukurikirane rwa za nkino zihuza amanama nshingamateka na nkenguzamateka y’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’Ubuseruko Mu rukino rwabaye kuruno wa kabiri  igenekerezo rya 4 Kigarama 2018 rwabereye ku kibuga c’ubushikiranganji bw’inkino n’imico kama umurwi userukira igihugu inama nshingamateka na nkenguzamateka ya Kenya muri Volleyball watsinze biworoheye umurwi userukira igihugu ca Tanzaniya amaseti 3 wikurikiranya k’ubusa bwa Tanzaniya. Mu rukino rwa Netball rwahuje umurwi w’igihugu ca Tanzaniya hamwe n’umurwi userukira inama nshingamateka y’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko,igihugu ca Tanzaniya cacinze uyo murwi ibitsindo 87 kuri 8 w’umurwi userukira inama nshingamateka na nkenguzamateka y’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko. Inkino zitegekanijwe igihe c’isaha icenda n’uruhuza igihugu ca Uganda n’igihugu ca Tanzaniya mu mupira w’amaguru k’uruhande rw’abagabo hamwe n’urukino rwa Volleyball ruhuza igihugu ca Kenya na Uganda uruhande rw’abagore.
EALA GAMES :Igihugu ca Kenya cirahiye igihugu ca Uganda
Umurwi userukira inama nshingamateka na nkenguzamateka mu mupira w’amaboko Volleyball uruhande rw’abagabo w’igihugu ca Kenya wirahiye umurwi userukira abashingamateka n’abakenguzamateka w’igihugu ca Uganda mu kuwutsinda amaseti 3 kubusa bwa Uganda muri za nkino zihuza amanama nshingamateka na nkenguzamateka y’ibihugu bigize umuryango wa Afirika y’Ubuseruko. Mu rukino rwabaye kuruno wa mbere igenekerezo rya 3 Kigarama 2018 rwabereye ku kibuga c’ubushikiranganji bw’inkino n’imico kama umurwi userukira igihugu inama nshingamateka na nkenguzamateka ya Kenya muri Volleyball watsinze biworoheye umurwi userukira igihugu ca Uganda ku maseti 3 wikurikiranya. K’uruhande rw’abagore ,umurwi userukira inama nshingamateka na nkenguzamateka z’igihugu ca Uganda mu rukino rwa Volleyball watsinze umurwi userukira igihugu ca Tanzaniya mu kuwutsinda amaseti 3 kuri imwe ya Tanzaniya. Bitegekanijwe ko ejo k’umusi wa kabiri igihugu ca Tanzaniya kizohura n’igihugu ca Kenya mu rukino rwa Volleyball uruhande rw’abagabo igihe c’isaha zitatu z’agatondo mu gihe isaha icenda z’umutaga hazokina Uganda na Kenya uruhande rw’abagore muri Volleyball.  Izindi nkino zitegekanijwe ku musi wejo n’urukino rwa Netball hagati ya Uganda na Kenya igihe c’isaha zitatu z’agatondo urundi ruzohuza Tanzania n’umurwi userukira abashingamateka ba EALA hamwe n’urukino rw’umupira w’amaguru ruzohuza igihugu ca Uganda na Kenya igihe c’isaha icenda z’umutaga.
Umurwi w’umupira w’amaguru userukira inama nshingamateka na nkenguzamateka z’Uburundi watsinzwe na Kenya
Umurwi w’umupira w’amaguru userukira inama nshingamateka na nkenguzamateka z’Uburundi watsinzwe ibitsindo 2 k’ubusa kuruno w’Imana igenekerezo rya 02 Kigarama 2018 n’umurwi w’umupira w’amaguru userukira inama nshingamateka na nkenguzamateka z’igihugu ca Kenya muri za nkino zihuza amanama nshingamateka na nkenguzamateka z’ibihugu bihurikiye mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko. Umumenyereza w’umurwi w’inama nshingamateka na nkenguzamateka z’Uburundi yamenyesheje ko mu myimenyerezo igiye gukwirikira bazokosora amakosa yibonekeje mururwo rukino rwatumye batsindwa. Uwo mumenyereza avuga ko biteguriye gutsinda urukino ruzobahuza n’igihugu ca Uganda kuko mu misi itatu yo kwitegura izoba neza ihagije kugira uyo musi bazotahukane intsinzi. Umwe mu bashingamateka akina mu murwi w’Uburundi Denis KARERA avuga  ko gutsindwa batsinzwe ariko intumbero yizo nkino atari ihiganwa ahubwo ari uguteza imbere no gushigikira imigenderanire myiza hagati y’ibihugu bigeze umuryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko. Denis KARERA yavuze ati :« Uruvye urukino uko ruhejeje kugenda nubwo twatsinzwe igihimbaye nuko twakinye nk’abavandimwe kandi twakinye nkabamaze kunywana ,intsinzi ya mbere ari uko urukino rwagenze . » Izindi nkino zabaye kuruyu w’Imana muriryo higanwa rihuza amanama nshingamateka na nkenguzamteka z’ibihugu vyo mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko n’urukino rwa Netball k’uruhande rw’abagore aho igihugu ca Uganda catsinze igihugu ca Tanzaniye amanota 35 kuri 14 naho igihugu ca Kenya gitsinda Uburundi amanota  30 kuri 26 y’Uburundi. Mu rukino rwa Volleyball k’uruhande rw’abagabo igihugu ca Tanzaniya catsinze igihugu ca Uganda amaseti 3 kuri 1 y’Ubuganda mu gihe Uburundi bwatsinze igihugu ca Kenya amaseti 3 kuri 1 ya Kenya.
Umukuru w’inama nshingamateka yuguruye inkino zigira 9 zihuza amanama nshingamateka na nkenguzamateka za EAC
Umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA yuguruye k’umugaragaro inkino z’igira icenda zihuza inama nshingamateka na nkenguzamateka zo mu bihugu bihurikiye mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko EAC aho  yavuze yuko kubona inama nshingamateka y’Uburundi yakiriye izo nkino vyerekana ko mu gihugu hari amahoro. Mw’ijambo ryiwe ko kugurura k’umugaragaro izo nkino zihuza inama nshingamateka na nkenguzamateka zo mu bihugu vya Afrika y’Ubuseruko,Pascal  NYABENDA yavuze ko  iruhande y’inkino zizokinwa ari akaryo ko kuranga amahoro ,ubumwe,agateka ka zina muntu hamwe no gushira hamwe. Ibihugu vyitavye izo nkino hariho Kenya,Tanzaniya,Ubuganda hamwe n’igihugu c’Uburundi cazitunganije bamwe mu bari bitavye ivyo birori vyo kuzugurura k’umugagaro hakaba hari umukuru w’inama nshingamateka y’igihugu ca Kenya Justin MUTURI,umukuru w’inama nshingamateka y’igihugu ca Tanzaniya,umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi,uwaserukiye igihugu ca Sudani y’epfo,abashingamateka batandukanye hamwe n’abakenguzamateka bo mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’Ubuseruko. Ibaye incuro ya kabiri igihugu c’Uburundi cakira izo nkino zihuza amanama nshingamateka na nkenguzamateka zo mu bihugu vya Afrika y’Ubuseruko inyuma yizo mu mwaka wa 2011 zimwe mu nkino zitegekanijwe kuzokinwa akaba ari umupira  w’amaguru,imipira y’amaboko volleyball,basketball,handaball,netball,Golf hamwe no kwiruka . Ibibuga bitegekanijwe kuzoberako izo nkino n’ikibuga citiriwe umuganawa Rudoviko Rwagasore,Ikibuga ca ENS,ikibuga Olympique,Cercle Hippique hamwe no ku  bibuga vy’ubushikiranganji bujejwe imico kama n’inkino.
CAN U23 : Intamba mu rugamba  zaronse uburenganzira bwo kubandanya kurondera itike rya CAN U23
Inyuma y’urukino rwahuje Uburundi n’igihugu ca Tanzaniya ku musi w’ejo,umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba z’abatarenza imyaka 23 zaraye zironse uburenganzira bwo kubandanya inkino mu ntumbero yo kurondera itike ryo gukina ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu vy’abatarenza imyaka 23 vyo ku mugabane wa Afrika rizobera mu gihugu ca Misiri mu mwaka uza wa 2019. Mu rurwo rukino rwabereye i Dar Es Salaam mu gihugu ca Tanzaniya ,Tanzaniya yatsinze Uburundi ibitsindo 3 kuri 1 c’Uburundi bituma biha uburenganzira Uburundi kubandanya izo nkino igihugu ca Tanzaniya naco kirazisezera kuko mu rukino rwabereye i Bujumbura ,Uburundi bwari bwatsinze ibitsindo 2 k’ubusa bw’igihugu ca Tanzaniya. Muri urwo rukino rwabereye i Dar Es Salaam, igitsindo ca mbere ca Tanzaniya cinjijwe n’umukinyi Kyombo ku munota wa 4,ica kabiri cinjizwa na Yusuf ku munota wa 43 ica gatatu naco cinjizwa na Kshimbwa ku munota wa 70 mu gihe igitsindo cahaye uburenganzira Uburundi bwo kubandanya izo nkino zo gukuranakuramwo cinjiye umwanya utegekanywa mu rukino ugombe uhere ku munota wa 89 cinjijwe n’umukinyi Mavugo Cedrick. Bitegekanijwe ko Uburundi burindira kugira uko ibihugu bigiye guhura mu ntambwe ikwirikira ishirwe ahabona
Intamba mu rugamba zirahiye umurwi nserukiragihugu wa Sudani y’Epfo
Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba uhejeje kuronka amanota 3 inyuma yo kwirahira umurwi nserukiragihugu wa Sudani y’Epfo mu kuwutsinda ibitsindo 5 kuri 2 vya Sudani y’Epfo mu nkino zo kurondera itike yo gukina ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu yo k’umugabane wa Afrika zizobera mu gihugu ca Cameroun mu mwaka uza wa 2019. Mur’urwo rukino rwabereye i Djouba ku murwa mukuru w’igihugu ca Sudani y’Epfo,igitsindo ca mbere c’intamba mu Rugamba cinjijwe n’umukinyi Fiston Abdul Razak ku munota wa 25 w’urukino,igitsindo ca kabiri cinjizwa n’umukinyi Amissi Cedric ku munota wa 45 w’urukino ibindi bitatu bisigaye vyinjizwa kandi na Fiston Abdul Razak ku minota ya 76,86 hamwe no ku munota wa 87. K’urukino rwa mbere rwabereye i Bujumbura Uburundi bwari bwatsinze igihugu ca Sudani y’Epfo ibitsindo 3 k’ubusa bwa Sudani gushika ubu Uburundi bukaba bukwije amanota 9 aho busigaje urukino rumwe ruzogihuza n’igihugu ca Gabon.

Intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 23 zatsinze Tanzaniya ibitsindo bibiri ku busa
Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba z’abatarenza imyaka 23 zaraye zironse amanota 3 inyuma yo gutsinda ibitsindo 2 mu rukino rwazihuje n’umurwi nserukiragihugu wa Tanzaniya « Taifa Stars » w’abatarenza imyaka 23 mu nkino zo gukuranamwo, barondera itike yo gukina ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu vy’abatarenza imyaka 23 vyo ku mugabane wa Afrika rizobera mu gihugu ca Misiri mu mwaka uza wa 2019. Muri urwo rukino rwabereye i Bujumbura, igitsindo ca mbere c’Uburundi cinjijwe n’umukinyi Bon Fils Caleb BIMENYIMANA ku munota wa 63 w’igice ca kabiri c’urukino hatewe « penalty »,igitsindo ca kabiri naco cinjizwa na MAVUGO Cedrick ku munota wa 81 ateye umutwe. Urukino rwo gusubiriza rutegekanijwe kw’igenekerezo rya 20 Munyonyo umwaka wa 2018 i Dar Es Salaam mu gihugu ca Tanzaniya.
Bubanza-Gihanga :Ibisasu Ntezwantoki 4 vyafashwe
Ibisasu ntezwantoki bine (4) nizo zaraye zitowe muri zone Gihanga,komine Gihanga mu ntara ya Bubanza igihe c’isaha icenda z’umuhingamo inyuma yaho igiporisi gikoze isaka suzumwa mu kigwati c’amahoro caho muriyi zone ya Gihanga. Amakuru dukesha umuvugizi w’Ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza n’isibe Pierre NKURIKIYE avuga ko inyuma y’iryo sakwa suzuma hafashwe ibisasu ntezwantoki 4 murizo zibiri zikaba zatowe  mu rugo rw’uwitwa HABARUGIRA Étienne hamwe n’izindi zibiri zatowe kuwitwa  BARANSHARITSE Jérôme. Ayo makuru abandanya avuga ko abo bazifatanywe bafashwe kandi amatohoza ariko arakorwa kubijanye no gutu ga ivyo bigwanisho.
CANKUZO – CENDAJURU : Abantu 4 bapfuye inyuma yo gufungura imfungurwa zirimwo ubumara
Abantu 4 b’umuryango umwe bo ku musozi wa Kiyange wo muri komine Cendajuru mu ntara ya Cankuzo bapfuye inyuma yaho bashikanywe kw’ivuriro rya Nyamugari ryaho muri komine ya Cankuzo bakitswe n’amagara yabo giturumbuka. Ayo makuru avuga ko abo bane bapfuye bagizwe n’abana 3 hamwe na nyina wabo kandi ko boba barafunguye imfungurwa zirimwo uburozi inyuma yaho habaye umuntu yinjiye mu nzu yabo ashiramwo ubumara bwica murizo mfungurwa. Abo bantu bane bapfuye n’umuvyeyi yitwa  Miburo Scholastique ariwe nyina w’abana hamwe n’abana biwe aribo Niyinteretse Christella, Kubwimana Alexis hamwe na Niyomwungere  Estella. Bivugwako umugore yitwa Sousane BARENGAYABO yafashwe ku mvo z’amatohoza naho mu bijanye n’ibivugwa ko bafunguye indya zirimwo ubumara igiporisi casavye abahinga kubisuzuma umuganga ashobora kumenyesha umwanya n’umwanya imvo z’urupfu zabo bantu.
Mairie -C’ibitoke : Abakongomani 30 badafise ivyangombwa bafashwe
Abantu 30 bava mu gihugu ca Repuburika iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo badafise ibibaranga,bafashwe mu gatondo ko kuruno wa gatatu igenekerezo rya 18 Nyakanga umwaka wa 2019 muri zone ya C’ibitoke mu gisagara ca Bujumbura inyuma y’isakwa suzuma ryakozwe n’igiporisi muriyo zone. Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza Pierre NKURIKIYE avuga ko abo bantu uko ari 30 baba mu nzu imwe  igeretseko hejuru kw’ibarabara rya 15 inomero 5. Uwo muvugizi w’ubwo bushikiranganji abandanya avuga ko abo bakongomani bose uko ari 30 baciye batwaga mu gisata kijejwe imbibe n’ingenzi kugira bandikwe imbere yuko basubizwa mu gihugu cabo.
Karusi – Nyabikere : Sentare yaciriye urubanza umwigisha yafatanywe ikigwanisho 
Umwigisha wo muri komine Nyabikere mu ntara ya Karusi aheruka gufatanwa ikigwanisho yaciriwe  gufungwa imyaka ine (4) hamwe no gutanga ihadabu y’amafaranga angana ibihumbi amajana abiri (200) y’amafranga y’amarundi. Amakuru avuga ko uwo mwigisha ku bwiwe yahakanye ko ico kigwanisho atariwe yaragitunze ariko cazanywe mu nzu iwe  n’abagizi ba nabi bagicishije mw’idirisha ry’inzu inyuma yo kumena ikiyo c’idirisha. Uwo mwigisha yafatanywe ico kigwanisho mu nzu iwe ku musi w’Imana uheze kw’igenekerezo rya 15 Nyakanga umwaka wa 2019,ico gihe bakaba  yaciye ajanwa mu maboko y’abajejwe umutekano.
Muyinga:Abagirizwa kwica abarovyi baciriwe urubanza
Sentare nkuru y’intara ya Muyinga yaciriye gufungwa ubuzima bwabo bwose abantu bashika kuri icenda (9) inyuma yaho bagiriwe n’icaha co kwica abarovyi babiri (2) mu kiyaga ca Bweru. Amakuru ajanye n’urwo rubanza avuga ko abo baciriwe urwo rubanza bishe abo barovyi babiri babiteguye murico kiyaga ca Rweru kw’igenekerezo rya 7 ukwezi kwa Nyakanga umwaka wa 2019. Bivugwako abo bagizi nabi babanje gusinzikariza ubuzima abo barovyi mu kubakomeretsa kandi bakoze ubwo bubi biyita ko bari mu murwi w’abantu ujejwe gucungera ikiyaga ca Bweru.
Ruyigi:Abagizi ba nabi 4 bafashwe
Abagizi ba nabi bane ( 4) bakorera ubugizi bwa nabi mu gihugu ca Tanzaniya nibo bafashwe inyuma y’isakwa ryakozwe n’igiporisi gifadikanije n’igisirikare vyo mu ntara ya Ruyigi hamwe n’igiporisi co mu gihugu ca Tanzaniya mu ntumbero yo gutuza imirwi nkiyo. Amakuru dukesha urubuga rwa twitteur rw’igiporisi c’Uburundi avuga ko murico gikorwa abo bagizi ba nabi bafatanywe inkoho zishika kuri zibiri,ibisasu ntezwantoki bibiri hamwe n’amasasu ashika 130. Ayo makuru abandanya avuga kandi abo basuma bafatanywe ibikono vy’amasasu bitanu (5) vy’ubwoko bwa AK47,igikono c’inkoho y’ubwoko bwa pisitore hamwe n’urusasu rwayo.
Mwaro :Abasuma bagirizwa kwibisha inkoho baciriwe urubanza
Sentare nkuru y’igihugu y’intara ya Mwaro yaciriye umunyooro w’impaga w’imyaka 20 mu rubanza rw’ikibiriraho kuruno wa gatatu igenekerezo rya 4 Nyakanga umwaka wa 2019 abasuma babiri bagirizwa kwibisha inkoho ahitwa Ndava. Amakuru dukesha umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa Agnes BANGIRICENGE avuga ko abo basuma uko ari babiri ari uwitwa Joseph NIYONKURU hamwe na Come Ngendabanka bose bakaba baciriwe kandi gutanga ihadabu y’imiriyoni 2 umwumwe mu gihe batayatanze naho bazoce bafungwa umunyooro w’amezi 120 . Ayo makuru abandanya avuga kandi ko uwitwa Melchior SIMBATOHANA nawe yahanishijwe gufungwa imyka 10 hamwe no gutanga ihadabu y’imiriyoni 3 mu gihe atayatanze azoca afungwa umunyororo w’amezi 300. Bivugwako kandi bose bategetswe gutanga indishi y’akababaro k’umuriyoni kuri bose hamwe.
Abategetsi batari bake barasabwa gukora ibishoboka vyose kugira kwubaka i Nyabugete IV bihagarare
Mw’ikete umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe gutunganya ibijanye n’ibisagara yandikiye musitanteri wa komine Muha hano mugisgara ca Bujumbura igekenrezo02 nyakanga uwu mwaka akaba kandi yarahaye na gopi umushikiranganji w’ibikorwa vya leta, yasavye ko uwo mutegetsi wa komine yokora ibishoboka vyose kugira ukwubaka muri Nyabugete igice ca 4 (ico bise site nyabugete IV) bihagarare kuko ngo atampusha zokwubaka aho hantu zatanzwe n’inzego zibifitiye ububasha. Umuyobozi mukuru Jean Claude Ngezi yagize ati « hakwubaha ivyo tubabwira vyokutubaaka murico kibanza, inzu nyabuna baziduza ku muvuduko urenze ». Jean Claude Ngenzi akabwira musitanteri wa Muha ko yofasha kugira hahagarikwe iryo yubaka ridakurikije amategeko ngo kugira hirindwe imanza zishobora kwaduka nihagera gutangwa ivyangombwa kuri ayo ma parcelles. N’uwutwara igipolisi hano mugisagara ca Bujumbura ari no mubahawe igopi yiryo kete nawe nyene asabwa gufasha akoresheje ububasha ahabwa n’amategeko kugira ivyo kwubaka aho hantu bihagarare.
Rutana –Mpinga Kavove :Igiporisi casubije inka 42 zibwe
Igiporisi co mu ntara ya Rutana casubije inka 42 kuri benezo b’abanyagihugu bo mu gihugu ca Tanzaniya inyuma yaho zifatanywe abantu 4 harimwo umutanzaniya umwe muri zone Kayero komine Mpinga Kayove mu ntara ya Rutana . Amakuru dukesha igiporisi c’Uburundi avuga ko izo nka zatanzwe hari abajejwe intwaro nka buramatari w’intara ya Rutana ,musitanteri wa komine Mpinga-Kayove,umukuru w’ibatayo ya 421,umukuru wa zone Kayove hamwe n’abaserukiye abajejwe intwaro mu gihugu ca Tanzaniya barongowe n’umukuru w’agace kitwa Kiyungwe ko mu karere ka Kasulu hamwe na bene inka. Tubibutseko izo nka 42 zafashwe kuruyu wa mbere igenekerezo rya 2 Nyakanga 2019 muri komine Mpinga Kayove y’intara ya Rutana zibwe mu gihugu ca Tanzaniya .
Mwaro –Ndava : Umuntu yishwe arashwe
Umuntu umwe bivugwako ari umusuma yishwe arashwe n’abajejwe umutekano mw’ijoro ryo kuruyu w’Imana buca ariku wa mbere igenekerezo rya 2 Nyakanga 2019 ku musozi wa Kigarama wo muri zone Buziracanda komine Ndava mu ntara ya Mwaro. Amakuru avuga ko uwo yishwe arashwe azwi kw’izina rya Buzoya akaba afise imyaka 36 kandi akaba avuka ku musozi wa Rango muriyo zone nyene ya Buziracanda muri komine Ndava. Bivugwako inkoho uwo musuma yari yitwaje yo mu bwoko bwa KV yafashwe ariko inomero zayo zitaboneka neza.
Umukenguzamateka Gahungu Gédéon yaburanishijwe mu rubanza rw’ikibiriraho
Yambaye impuzu z’icatsi kibisi(Impuzu z’abanyaororo), mu dukamaba mbili nayo mu gutambuka agendera kwi béquille. Uwo mukenguzamateka Gahungu Gédéon akurikiranyweko ivyaha bibiri arivyo : gushaka kwica abantu babiri yabiteguye aribo umugore wiwe bafitaniye abana 9 Kamikazi Pélagie hamwe rero n’umuhungwabo azwi kw’izina rya Nshimirimana Jonathan. Icaha kigira kabiri n’ugutwara imdoka yarengeje umuvuduko, ivyatumye haba amasanganya menshi n’abantu bagakomereka kw’ibarabara ryitiriwe ubumwe muri zone Kamenge hano mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo vyose akaba yabikoze itarike 07 Kigarama uwu mwaka.
Umukuru w’intahe muri urwo rubanza rw’ikibiriraho, yamenyesheje uwuburana ko mugihe aburanye yemera icaha aheza akagabanirizwa igihano, aha akaba yamubwiye ko amategeko avuga ko uwari guhanishwa gufungwa ubuzima bwiwe bwose, aburanye yemera icaha ko aheza agaca ahanishwa igifungo c’imyaka 20. Mugihe naho yari guhanishwa igifungo canke ihadabu ko aheza agaca ahanishwa gufungwa igice c’umunyororo. Uwufasha kuburana umukenguzamateka Gahungu Gédéon, umushingwamanza Burakuvye Emmanuel yamenyesheje ko uwo aburanira  amagara yiwe ameze nabi, ko adashobora kuburana neza kubera cane cane ukuguru kw’iwe kwari kuvyimvye, ngo akaba afise kandi ingwara y’ivumvuka ry’umurindi w’amaraso (Hypertension). Inkindi yamenyesheje nuko uwo aburanira amagara yiwe yo mu mutwe atameze neza. Sentare ikaba yamusavye ivyemezo vy’iyo ngwara y’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso aca atanga agapapuro yivurijeko mu bitaro vy’abasirikare mu Kamenge itarike 11 kigarama uwu mwaka, kuri ako gapapuro umuganga akaba yaramwandikiye imiti ivura ingwara zo mu mutwe. Sentare ikaba yabandanije isaba impapuro zerekana ubwo burwayi bwo mu mutwe yivurijeko imbere y’uko akora icaha, kuko ako gapapuro ariko umushingwamanza w’umukenguzamateka Gedeon Gahungu ariko yahagazeko yerekana ko uwo aburanira atameze neza kugira aburane. Naho umukenguzamateka  Gahungu yabwiye sentare ko ata mpapuro afise yivurijeko imbere yuko akora iryo bara. Umushingwamanza wiwe wewe ntiyahengeshanije kubwira Sentare ko aho umuntu bamutoreye ingwara ko atariho iba ikimufata ko nyabuna yarasangwanywe iyo ngwara naho atari bwayipimishe aca asaba ko hobazwa umukenyezi wiwe canke abo basenga hamwe ngo naho batofatwa nk’isura, ibitanyuze sentare. Sentare ica ibaza uwuregwa nimba agwaye vyukuri mu mutwe mukwishura yavuze ko hari igihe bimufata « agahahamuka ». Sentare yamubajije ko yabibwiye umushikirizamanza mukuru yamushengeje, igihe yariko aragira amatohoza, umukenguzamateka yishuye sentare ko yibagiye kubimubwira. Umucamanza yaciye amenyesha ko bofata rero ko ivyo kurwara mu mutwe vyagiye kuko yariko arishura neza ibibazo vyose yabazwa na sentare. Umushingwamanza Burakuvye yagumye nyabuna asaba ko uwo aburanira yoronswa uburenganzira bwo kuja kwivuza kugira azoburane ameze neza. Kurico Sentare ikaba yamwibikije ko ari urubanza rw’ikibiriraho. Sentare ikaba yaciye irushira ku munsi w’ejo kugira uwurerwa azoze azanye impapuro avuga ko yivurijeko ingwara yo mu mutwe, yavuga ko yari yibagiye. N’umukenyezi w’umukenguzamateka, Pelagie Kamikazi, vyavuzwe ko yakomerekejwe n’umugabo wiwe yari ngaho muri sentare yumviriza urubanza. Akaba yanasavye ijambo sentare ntiyarironswa. Ku bigaragarira amaso uwo mukenyezi akaba atakiguma ca boneka canke imvune.
Abantu 78 mu bateguye ubwicanyi bw’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare n’abandi bategetsi
Itarike 22 Ruheshi mu kwezi guheze, Umukuru wa leta yo mu karere ka Amhara yarishwe cokimwe na bandi bategetsi babiri. Inyuma y’amasaha make bishwe, haciye hicwa umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare yapfiriye i  Addis-Abeba, akaba yishwe n’abari bajejwe umutekano wiwe. Inyuma y’amezi arenga atanu y’amatohoza, abategetsi ba Ethiopia bemeza ko uwundi yahamijwe kwicwa yari icegera c’umukuru w’ibiro vya gisirikare. Abakoze amatohoza kuri ubwo bwicanyi bwa politike bwabaye mu mpera z’ukwezi kwa Ruheshi barayarangije.  N’umushikiranganji w’ubutungane yabimenyesheje kuri uyu wa 13 Munyonyo. Umushikirizamanza kizigenza yemeza ko ubwo bwicanyi bwari bugamije gutembagaza ubutegetsi. Uwo mutegetsi yabandanije avuga ko abantu 110 boba barakurikiranye inyigisho zihariye kugira bazokore ubwo bwicanyi. Berhanu Tsegayé aremeza ko vyose vyazanana mu karere ka Amhara ariko kandi binazanana no mu murwa mukuru Addis Abeba. Igipolisi carafashe ibirwanisho, telefone ngendanwa, amahera yama nyetiyopita nayo mu mahanga hamwe rero n’imodoka. Ama konte 22 yo muri banke yarugawe. Abantu bagera kuri 78 baraciriwe urubanza mu mpera ziyi ndwi nkuko bivugwa n’imboneshakure y’igihugu Fana. Uwuzwi kw’izina rya Asaminew Tsigé niwe yafashwe nk’umukuru wuwo murwi w’abicanyi, akaba yarigeze kuba mu gisirikare akaba yahora afunzwe imbere y’intwaro y’umushikiranganji wa mbere  Abiy Ahmed. Akaba yahavuye agirirwa ikigongwe  aca agirwa umukuru ajejwe umutekano mugace Amhara. Ari naho yategura ivyo bitero.
Umukenyezi yari mu barongoye umugambwe CNL muri Kiganda, yaraye agandaguwe
Amakuru dekesha radiyo y’abongereza BBC, avugako ko umukenyezi azwi kw’izina rya Marie Claire Niyongere yari mu ndongozi z ‘umugambwe CNL muri Komine Kiganda Intara ya Muramvya, bikavugwa ko yishwe nyuma yo gufatwa ku nguvu.
Umuvugizi w’umugambwe CNL yabwiye BBC ko bakirondera ido n’ido ry’ amakuru ryingene umupfasoni  Niyongere yishwe n’abamwishe. Térence Manirambona, umuvugizi w’umugambwe CNL, yabwiye BBC ati : "Ico gusa tuzi ni uko yitavye Imana mu buryo mwese mwumvise buteye isoni, amaziko yiwe azoba ejo ku wa gatanu". Umushingamateka Manirambona avuga ko batokwemeza niba iyicwa ryiwe hari aho rihuriye n’umugambwe yari arimwo kuko bakibaza "ido n’ido" ku vyabaye mu bajejwe umutekano n’indongozi za CNL muri ako gace. Hari amakuru yemeza ko umuntu umwe yafashwe arafungwa akekwaho kugira uruhara mu kwica Niyongere. Umuvugizi w’igipolisi ntaco yashimye kubwira iradiyo y’abongereza. Mu kwezi kwa munani Nsavyumwami Gregoire wari uwo mu mugambwe CNL yarishwe bagenzi we barakomereka mu mutego batezwe n’abantu bafise imipanga n’amahiri, i gihe bari bavuye ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga mw’iyugururwa ry’ingoro yabo. Abagiriwe n’ico caha bane bakaba baraciriwe imanza kndi bakaba bafungiwe mu mu nyororo i Muyinga.
Umuhungwabo na Léonce Ngendakumana yaraye ijoro ry’iwe rya mbere mu Mpimba
Umusore azwi kw’izina rya Bibonimana Lambert,afise imwaka 33, umwana wa mukuru w’umushingamateka Léonce Ngendakumana(aheruka kwizerwa kuzoserukira Sahwanya FRODEBU mu matora y’imirije ya 2020), yaraye yinjinjwe ibohero rikuru rya Mpimba akaba yarikumwe n’abanywanyi b’umugambwe CNL, atanasambishijwe nkuko bimenyeshwa Léonce Ngendakumana. Léonce Ngendakumana  akavuga ko Bibonimana yaherutse kubazwa agishika muri BSR. Icogihe akaba yabwiwe ko basanze inomero z’amatelefone ya banywanyi ba CNL muri telefone yiwe. Ngendakumana akamenyesha ko yaciye abarirwa ko ari mu bateguye igitero cahatswe guhitana ubuzima bwa chef wa zone Muyira. Nkuko bivugwa na Sewabo, Léonce Ngedakumana, wo musore amufata nk’umwana wiwe kuko yamureze kuva afise imyaka 5 y’amavuka, uwo munyepolitike akavuga ko abafashe uwu muhungu yarareze atakindi bashaka atari ukumubabaza. Bibonimana Lambert yafashwe itarike 07 Munyonyo uwu mwaka, yafatiwe i Kiriri hafi y’icibutso c’ubumwe mumasaha y’umugoroba  i gihe yaratashe ku rugo kwa Léonce Ngendakumana aho yarasanzwe aba. Agifatwa abamufashe ntibashotse bamenyekana. Munyuma akaba ariho vya menyekana ko ari muri BSR, aho yaraye akuwe. Bibonimana akaba ari umunyeshure mu mwaka wa kabiri muri kaminuza imwe muziri hano mu gisagara ca Bujumbura. Mu gipolisi ntibaravugira ku mugaragaro ico uwo musore yafatiwe.
Muri Guinée imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu
Iyo myiyerekano yatumweko n’ihuriro ry’igihugu riharanira ibwirizwanshingiro (FNDC), kugira abantu bihereze amabarabara y’umurwa mukuru Conakry biyamiriza ugushaka guhindura ibwirizwanshingiro umukuru w’igihugu Alpha Condé yifuza, kugira yiyongere ikirigo kigira gatatu co gutwara igihugu.
Isinzi ry’abantu rero bambaye impuzu zitukura bakwiragiye ibirometero vyinshi mu gisagara bari mu myiyerekano baririmba indirimbo ihayagiza igihugu cabo, Guinée . Indongozi za  mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike n’izo mu migambwe itavuga rumwe na leta bafashe amajambo imbere y’abo biyerekana. Sidya Touré, yasavye ko bofata umunota bibuka abahitanywe n’imyiyerekano yaheruka, aca asaba ko abarongoye abandi muri FNDC bahagaritswe ko borekurwa ataciriwe kirasabwa. « Alpha Condé  yataye umutwe , ivyo vyavuzwe na  Cellou Dalein Diallo, ariko tuzomwumvisha ko Guinée  itifuza ikiringo ca gatatu ». « Ategerezwa kuvavanura nuwo mugambi mubi »,  Foniké Menguè niweyabivugiye imbere yiryo sinzi, akaba kandi ariwe muhuzabikorwa wa  FNDC.  Yongeyeko ko bagiye kubandanya urugamba kugeza ku ntsinzi ya nyuma. Kuruhande rwa leta babicishije mw’itangazo, bishimiye ko abajejwe umutekano babikoze neza mu guherekeza abo biyerekana ariko ikaba yirinze kugira ico ivuga kubijanye n’ubwinshi bwabitavye iyo myiyerekano.  Ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri afrika y’uburengero CEDEAO rikaba ryamaze gutera akamo ko ibwirizwanshingiro rihari ryo kubahirizwa.

La dÃ©licatesse des rÃªves.
Imvura y’isegenya irageramiye umugwa mukuru wa Tiniziya Tunis
Imvura yisegenya yarateje uruhagara kuri uyu wambere itariki 28 gitugutu 2019 mugihugu ca Tuniziya na cane cane kumurwa mukuru Tunis, aho amabarabara n’amakaritiye vyari vyugarijwe mu masaha atari make.
Naho abanyatunisiya batigeze baja ku mirimo canke ngo baronke ukwo biyunguruza ntibigeze bijirirwa. Amasanamu n’inkuru zitwenza vyagumye bicanacanako kuri Facebook mugihe Imvura yaguye i Tunis yaguye kuburebure buri hagati ya milimitero 50 na militero 90  yateje uruhagarara mubice vyinshi. Bamwe bamwe mukurengana mumabarabara yugarijwe n’amazi bakoresha amato mato mato abandi nabo baciye biyungunganya batangura kuzibura amazi yugarije amakaritiye. Benshi baridogeye imodoka zishinzwe uruja n’uruja rwo mwibarabara zabandanije zishira ivyuma ku modoka zihagaze nabi aho ni mugihe imodoka nyinshi vyanse ko zirengana bivuye kuri iryo segenya. Abashinzwe intwaro bamenyesha ko igice ca ruguru ca Tunis, Ariana na soukra aritwo duce twageramiwe cane. Abiyerekana bugarije amabarabara yo mugace ka  Borj Louzir mukwiyamiriza ako kabi katewe niryo segenya.
Abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu bumvirijwe n’ubutungane
Amakuru dukura ku murwa mukuru w’intara ya Bubanza ahafungiwe abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu, avuga ko bumvirijwe na sentare nkuru y’intara ya Bubanza. Iyo nayo ikaba igiye kwiga ikazomenyesha mu masaha atarenze 48 ko barekurwa canke babandanya bafuzwe.
Abashingwamanza babo bamenyeshamakuru bavuga ko bizeye ko abo baburanira bashobora kurekurwa. Christine Kamikazi, Agnès Ndirubusa, Térence Mpozenzi, Egide Harerimana n’umu chaufferi wabo azwi kw’izina rya Adolphe barakwije kuri uyu munsi,  iminsi indwi bahagaritswe. bafashwe igihe bari bagiye gutohoza amakuru y’abari bateye  muri komine Musigati mu ntara ya Bubanza bivugwa bateye bava mu gihugu kibanyi ca Kongo iharanira demokarasi. Abatari bake cokimwe n’amashirahamwe atari make na cane cane mpuzamakungu ntiyahengeshanije kubandanya asaba ko abo bamenyeshamakuru borekurwa vuba kandi atagisabwe.
Abategereye aba  CNL i Muyinga bakicamwo bamwe abandi bagakomereka bahanywe
Nk’uko bitangazwa n’umuvugizi wa Sentare ntahinyuzwa Agnès Bangiricenge,
Sentare nkuru y’igihugu ya Muyinga yahanishije umunyororo woguherayo abantu bane bagandaguye Nsavyumuganwa Grégoire Ku wa 19 myandagaro 2019 bongera barakubita ndetse barakomeretsa n’abandi batari bake ku mutumba wa Mahonda zone rugari abo baguye murizo nkozi z’ikibi bakaba bari abanywanyi ba CNL bavuye kwinjira ingoro y’umugambwe Ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga Abo bagiriwe ni caha bakaba kandi bose bahamwe bategetswe kuriha 4 300 000fbu y’indishi.
OLUCOME isaba leta kuganira nabayifasha kugira amahera ya gaciro asubire kuboneka
Mw’itangazo rya sohowe n’ishirahamwe ridaharanira ivyi caro vya politike OLUCOME, rivuga ko ku makuru rifise nk’uko vyavuzwe n’umushikiranganji w’ubudandaji  nuko hibonekeza ubukene bw’ibinyobwa bimwe bimwe vya BRARUDI, ubwo bukene OLUCOME ibona ko buva ku bukene bwa mafaranga ya gaciro. OLUCOME ibona kandi ko amategeko agenga ivunjwa rya mafaranga riheruka gusohorwa n’ibanki nkuru y’igihugu BRB rikwiye gusubirwamwo. Iryo shirahamwe rifatira ku ngingo yemerera ibice 10 kw’ijana vy’amafaranga azofatanwa abavunjayi bazoba batakurikije igiciro co kuvunja amafaranga  cashinzwe na BRB hamwe na kandi gashiruka bute k’ibihumbi amajana 5 y’amarundi  yiyongera kuri vya bice 10 kw’ijana bizohabwa uwuzokwerekana uwarenze itegeko.  Iryo shirahamwe ryishinze kurwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya Leta OLUCOME  rikavuga ko abantu bashobora no kubeshera inzu canke ishirahamwe rivunja amahera kandi ryisunga amategeko kugira bironkere ayo mahera. OLUCOME ikamenyesha ko i banki BRB yarikwiye gusaba leta gufata ingingo zituma amafaranga ya gaciro yongerekana mu gihugu hagufata ingingo yo kuzokwaka amahera abadandaza batazokurikiza ibiciro vya shinzwe n’ibanki nkuru y’igihugu. Muri iryo tangazo nyene, OLUCOME ivuga ko iryo bura ry’amafaranga ya gaciro hano mu Burundi ko ryagize ingaruka ku butunzi bw’ishirahamwe ry’ibihugu vya karere ka Afrika y’ubuseruko (EAC) ngo abashingamateka b’iryo shirahamwe bemeje itarike 04 gitugutu ko uburundi bumaze imyaka ibiri budatanga intererano yabwo. Ivyatumye nk’uko bibandanya bivugwa na OLUCOME ibikorwa bimwe bimwe vy’ishirahamwe bihagarara bivuye kubihano  uburundi bwafatiwe na babufasha kuva mu mwaka wa 2015, ivyatumye kandi igice ca bakozi ba EAC ngo bamaze igihe badahembwe. Mukurangiza iryo tangazo, ishirahamwe OLUCOME risaba leta kuganira na begwa bose na politike kugira icuka gisubire kumera neza maze amahera ya gaciro aboneke. Leta isabwa kandi kugwiza umwibu w’ibidandazwa njabuka mazi, hamwe rero no kuganira n’abasanzwe  bafasha uburundi mu bijanye n’uburyo.
Mairie :Abavunja amafaranga y’agaciro bataramenyekana igitigiri bafashwe
Igitigiri kitaramenyakana c’abavunjayi bakora umwuga wo kuvunja amafaranga y’agaciro mu gisaragara ca Bujumubura bafashwe n’igiporisi kuruno wa gatanu igenekerezo rya 27 Nyakanga umwaka wa 2019 aho bivugwako bagirizwa kutubahiriza amategeko.
Amakuru ajanye n’iryo fatwa ry’abo bavunjayi b’amafaranga y’agaciro bo mu gisagara ca Bujumbura avuga ko bafashwe kubera mu gikorwa barangura co kuvunja amafaranga y’agaciro badakwirikiza amategeko ajanye no kuvunja amafaranga y’agaciro yategetswe n’ibanki nkuru y’igihugu BRB (Banque de la République du Burundi). Abo bavunjayi bafashwe inyuma yaho ku musi wa gatatu igenekerezo rya 25 Nyakanga umwaka wa 2019 muri komine Mukaza,Zone Rohero kw’ishirahamwe rigura rikongera rikadandaza amafaranga y’agaciro ryitwa « Peace Exchange » nyeneryo yitwa SIMBANANIYE Jackson batazira  Kirahwata hamwe n’abakozi batatu bahakorera bafashwe bagirijwe kuvunja amafaranga y’agaciro badakwirikije amategeko y’ibanki nkuru y’igihugu.
Rutana –Kayero :Abantu 4 bagirizwa kwiba inka bafashwe
Abantu 4 bagizwe n’abarundi batatu hamwe n’umutanzaniya umwe nibo bafashwe n’abajejwe umutekano kuruno wa mbere igenekerezo rya 2 Nyakanga umwaka wa 2019 muri zone Kayero komine Mpinga Kayove mu ntara ya Rutana bafise inka 42 bivye. Amakuru atangwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza Pierre NKURIKIYE avuga ko izo nka zafashwe zibwe mu gihugu ca Tanzaniya abazifatanywe akaba ari bantu babiri ariko abagirizwa ubwo busuma ari 4 kandi baza bafashwe. Ayo makuru abandanya avuga ko amatohoza yimbitse ajanye n’ubwo busuma bw’inka aza yatanguye.
HCR ibona ko hataragera ko impunzi zitahuka
Mw’itangazo ry’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR, ryasohoye kuri uyu wa kabiri 27 myandagaro2019, nk’uko amakuru dukesha i radiyo y’abongereza BBC abivuga, iryo shirahamwe rivuga ko naho ibijanye n’umutekano mu Burundi vyateye intambwe, ribona ko hataragera ko impunzi  ziri mw’ikambi ya Tanzaniya hatarakwira ibisabwa vyose kugira zitahuke muri kino gihe.  HCR rikongerako ariko rizofasha mugihe hoboneka impunzi zifuza gutaha kubushake bwazo.  Kuva Nyakanga 2017, Abagera kubihumbi 75 baramaze gutahukanwa  barasubizwa mu miryango yabo nk’uko iryo tangazo ribivuga  ariko ngo abandi bagera mu majana nabo ngo bama bariko barahunga igihugu buri kwezi muri kino gihe. Iryo shirahamwe rigasaba nyabuna ibihugu bibanyi vy’uburundi kubandanya vyuguririye imipaka impunzi z’ibigana. HCR ihamagarira reta ya Tanzaniya niy’uburundi  kubahiriza amategeko mpuzamakungu agenga impunzi, no  kuraba neza nimba amategeko agenga impunzi atahonyanzwe, mu kubasubiza iwabo mugihe ataribo bavyishakiye. HCR ibivuze inyuma yaho umushikiranganji w’intwaro yohagati mu gihugu mu burundi co kimwe na mugenziwe wa Tanzaniya bagendeye ikambi z’impunzi z’abarundi muri Tanzaniya, kandi abo bategetsi bakavuga ko bumvikanye ko impunzi zitotangura gutahukanwa ku rugero ruboneka kuko hari amahoro. Leta y’uburundi ikaba itariye umunwa mu kuvuga ko HCR iriko ikora urudandazwa rw’impunzi.
Igiturire n’ikimwe mu bigihanze ubutungane
Mu ntumbero yo kurabira hamwe ibihanze ubutungane , abacamanza n’abashingwamanza  kuri uyu wa kabiri itarike 27 myandagaro 2019 bahuriye hamwe  ubugira gatatu hano i Bujumbura, inyuma ya Gitega na Ngozi. Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ubutungane Harerimana Arcade yuguruye iyo nama imara umunsi umwe, yamenyesheje ko ari akaryo keza ko kwisuzuma. Yavuze kandi ko hari abacamanza bamwe bamwe badafise umutima ukomeye bagasanga bahendeshejwe ibiturire. Harerimana  akaba kandi yamenyesheje ko hari n’abacamanza binanira guhagarira neza ibanga baba barashinzwe n’igihugu ry’ubucamanza kubera kuremerwa n’ikibano canke ivya politike. Nayo kubijanye n’abashingwamanza, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ubutungane avuga ko hari abashingwamanza hagusoma neza amateko kugira bafashe ababa babituye, ngo nyabuna bihutira kuja kuraba abacamanza kugira babahe igiturire. Kubwiwe ngo ako karyo ni keza cane kugira iyo mirwi  uko ar’ibiri irabire hamwe intambanyi bagira mu kazi ka misi yose hanyuma baheze bafashanye gutora umuti ku neza y’ubutungane. Muvyirwa vyatangiwe muri iyo nama, hagarutsweko cane cane ibijanye n’akarangamutima kaba camanza hamwe na karangamutima k’abashingwamanza.
Ishirahamwe HCR rirakamisha impunzi ziri mu makambi y’i Tanzaniya
Kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 27 Myandagaro 2019, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu Pascal BARANDAGIYE yahaye ikiganiro abanditsi n’abamenyeshamakuru ku bijanye n’urugendo aherutse gukora mu gihugu ca Tanzaniya mu ma kambi y’impunzi z’abarundi mu ntumbero yo kuraba ingorane ihari ituma umurindi w’abarundi bataha waragabanutse. Uwo mushikiranganji ari kumwe na mugenzi we w’intwaro ibereye wo mw’ico gihugu nyene hamwe n’abaserukira ishirahamwe HCR muri Tanzaniya barabiye hamwe ikibazo coba caratuma abarundi bahunze badataha, niho gusanga abakozi b’iryo shirahamwe HCR aribo babifisemwo uruhara mu kubuza abarundi gutaha kuko vyibonekeje cane ku ruhande rw’Uburundi babaza abo muri HCR igituma hariko hataha abarundi bake bagaca babishura ko ari Tanzaniya ariyo irekura igitigiri gito hama Tanzaniya nayo yabaza HCR, igaca yishura ko ahubwo ari kubera Uburundi bufise ubushobozi buke bwo kwakira impunzi. Umushikiranganji Barandagiye yavuze ko ivyo vyari gutuma haba ukutumvikana kw’ivyo bihugu bibiri bitewe n’inyifato ya HCR. Ikindi Barandagiye Pascal yamenyesheje n’uko vyibonekeje ko intonde z’abashaka gutaha bari mum’akambi baterwa ubwoba hakaba n’abandi bankirwa gutaha ngo ntibarakwiza imyaka 18 ivyo uwo mushikiranganji yateye ivyatsi cane akanibaza ati mbega n’imyaka ingahe umuntu ategerezwa kuba afise kugira ashobore guhunguka. Mw’izo nkambi haribonekeje abantu barenga ibihumbi cumi na bitanu batagira impapuro z’impunzi kandi atanahamwe banditswe. Abo rero umushikiranganji yamenyesheje ko bategerezwa gutaha mu maguru mashasha kuko biboneka ko batitwa impunzi. Ku kibazo c’uko ukwo gutahishwa kw’abarundi bari mu makambi bisa nko kubatahisha ku nguvu mu guhonyanga amategeko kandi ko bashobora kwitwarira ivyo bihugu bibiri, umushikiranganji yamenyesheje ati :” Umuntu ahunga ahantu hatari amahoro, mu Burundi mwese murabona ko hari amahoro. Ni batahe rero hama kurabo nabo bashaka kutwitwarira ni bitware tuzokwitaba kandi tuzobatsinda kuko urwo ari urubanza rworoshe cane”. Umushikiranganji Pascal Barandagiye yasozereye ikiganiro amenyesha ko gushika itariki 31 Kigarama uyu mwaka nyene hazoba hamaze gutaha abatari bake mu mpunzi ziri mu gihugu ca Tanzaniya.
Ukurahira kw’abakozi bashasha bagize umurwi CVR
Ku musi w’igenekerezo rya 21 Myandagaro 2019, Umurwi wo kuvugana ukuri no kunywanisha abarundi CVR wari waramutse ushigikira ibirori vyo kurahira ku bakozi bawo bashasha bashika kw’I 17 nkuko ibwirizwa rigenga uwo murwi abivuga mw’itegeko rya 33 agace ka 3. Abo bakozi ukwo ari 17 bari mu mirwi 2 aho umurwi wa mbere ugizwe n’abayobozi 11mu bisata bitandukanye hama uwundi murwi nawo ugizwe n’abakozi 6 bajejwe kwandika no gushira mu nyabwonko ivyo baba begeranije hirya no hino muvyo bakora. Uwo murwi w’ambere ugizwe na Ambassadeur Laurent Kavakure umunyamabanga nshingwabikorwa mu murwi CVR, Emile Nibizi umuyobozi mwishikira mu biro vy’umukuru wa CVR, Gérard Mfuranzima ajejwe ivyitumatumanako ry’amakuru, Augustin Minani ajejwe ivy’ubutunzi, Eric Sinzobahwanya ajejwe ivy’ubugenduzi no gushingura, Mme Eurydice Gahimbare ajejwe ibikorwa muri CVR (chargée du protocole et des relations publiques), umupfasoni Kaneza, umupfasoni Belyse Nsavyimana, Consolate Nimbona ukwo ari batatu n’abungirizi muvy’intwaro, Samuel Ndayegamiye ajejwe guharura amafaranga, Gracia Nishimwe umubitsi. Ayandi mazina y’abarahiye na 6 bajejwe kwandika no gushira mu nyabwonko ivyo baba begeranije hirya no hino muvyo bakora nabo akaba ari Raissa Mugisha, Mireille Munezero, Leon Bizimungu, Anastasie Nakanyambo, Novance Harahagazwe na Devote Muregwa. Pierre Claver Ndayicariye arongoye uwo Murwi yamenyesheje ibikorwa bibiri uwo murwi umaze gushikiriza kubawuha uburyo bakoresha navyo akaba ari gutosora intonde z’ibikorwa bagenzi babo basubiriye bari bahejeje babasigiye. Izo ntonde zikaba zirimwo abishwe, abazimiye hamwe na vya bino rusangi vyahambwemwo abantu. Igikorwa ca kabiri n’isekeza ku rwego rw’igihugu aho uwo murwi uzogenda ukorera mu ntara n’amakomine agize igihugu mu ntumbero z’amatohoza. Twobibutsa ko ivyo bikorwa uwo murwi wiyemeje kuzobirangura mu kiringo c’imyaka ine uhereye ubu mu 2019 gushika mu 2022 aho bivanye n’urubanza abarundi barindiriye mu mwaka uza rw’amatora ruzotwara uburyo bwinshi arivyo vyatumye uwo murwi ushira imbere ubu imigambi mito idatwara uburyo bwinshi gutyo inyuma y’amatora imigambi minini izobone kuja mu ngiro.
Bafashwe bagirizwa gukora impapuro za magendu
Abagabo bane bakora impapuro z’amagendo zirungika bantu kwiga hanze  na cane cane muri canada berekanywe n’igipolisi ku bamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu itarike 21 myandagaro 2019. Herekanywe kandi ibikoresho vy’ubuhinga bwanone, ibidodo bitandukanye vy’aba ivy’ama banke canke inzego zitandukanye za leta ivyo vyose  vyakoreshwa n’abo bagabo , herekanywe kandi udufoto twabamwe mubaja kubaronderako impapuro zo kuja muri Canada. Umuvugizi w’igipolisi c’uburundi Pierre Nkurikiye  yamenyesheje ko umwe yafatiwe ku mupaka w’uburundi nu Rwanda ku kanyaru ya ruguru ajanye mubuserukizi bwa Canada i Kigali dossier z’abamwe muba kiriya babo. Nkurikiye yavuze kandi ko abagera kuri 11 bamaze gushika muri Canada bakoresheje izo mpapuro z’amanyanga, 4 bari bakirindiriye kugenda nayo 25 impapuro zabo zaranswe ariko ngo bari bakirindiriye ko abo bakora impapuro za magendo ko basubira kubibafashamwo. Uwo avugira igipolisi c’igihugu yavuze ko abo bantu iyo bageze muri Canada ngo baca bagenda bacafuza igihugu mu kuvuga ko batotejwe n’inzego z’igihugu ngo kuko baca bavuga ko bari mu batavuga rumwe na leta, kandi ngo hari nabikata n’inzembe kugira ngo bemeze ko bahohotewe. Pierre Nkurikiye avuga ko abo bafise amazina bariko baragerageza kuja muri Canada bakoresheje impapuro za magendu bazoronderwa kugira bashikirizwe ubutungane kuko ngo bakoresheje izo mpapuro kandi bazi ko bihanwa, nayo abamaze gushikayo ngo hazokoreshwa inzira z’igipolisi mpuzamakungu kigwanya abagizi ba nabi canke inzira z’imigenderanire kugira bahanwe cane.
IShirahamwe FENADEB iriyamiriza ubwicanyi bukorerwa abana
Ishirahamwe riharanira agateka k’abana FENADEB riratera ivyatsi ubwicanyi bwakorewe umwana w’imyaka 14 w’umunyamwema, ubwicanyi bwabereye mu  ntara ya Cibitoke . Abamwishe baranamuciye ibihimba bimwe vy’umubiri nk’ukuboko , ukuguru n’ururimi. FENADEB irababajwe kandi n’ubwicanyi bwakorewe umwana w’imyaka 4 mu ntango z’uku kwezi mu ntara ya Ngozi nawe nyene akaba yaranyurujwe hanyuma atorwa ari ikiziga kandi yaciwe n’abimwe mu bihimba vy’umubiri n’abicanyi bamwishe. Iryo shirahamwe riranavuga n’ubundi bwicanyi bwakorewe abana 34 ngo nkuko ama rapports ryaronse avuye mu ntara n’amakomine yose ngo abivuga. FENADEB igasaba leta kwiga uburyo budasanzwe bwo gucungera umutekano w’abana muri rusangi na cane cane uwa abanyamwema.  Iryo shirahamwe rigasaba abavyeyi, ikibano na leta kuri kanura mugucungira umutekano abana.
Abavunja amafaranga y’agaciro batubahiriza amategeko bagiye gufatirwa ingingo
Inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano isaba ibanki nkuru y’igihugu (BRB) hamwe n’ubushikiranganji bujejwe ikigega ca reta gufatira ingingo abantu bavunja amafaranga y’agaciro badakwirikije ibiciro bizwi n’amategeko. Ivyo vyashikirijwe n’umunyamabanga w’inama nkuru y’igihugu y’umutekano Silas NTIGURIRWA aho yariko ashikiriza icegeranyo c’ivyavuye mu nama y’urwo rwego yabaye mu mpera z’indwi iheze. Général de brigade Silas Ntigurirwa avuga ko abantu bakora ibikorwa vyo kuvunja amafaranga y’agaciro badakwirikije amategeko abitegekanya bituma amafaranga y’igihugu ata agaciro kandi ko abakora ivyo bikorwa ataho bitaniye n’ubusuma bukorwa.
Umwana w’umu nyamwema yarishwe acibwa bimwe mu bihimba vy’umubiri
Bonheur Niyonkuru, n’umwana w’umunyamwema avuka mu ntara ya Cibitoke, yari yazimiye kuva ku munsi wa kabiri itarike 13 myandagaro 2019. Uwo musore w’imyaka 15 yasubiye ku boneka ku mupaka ugabura uburundi na Repubilika iharanira demokarasi ya kongo ku munsi wa gatandatu itarike 17 myandagaro 2019 ari ikiziga, akaba kandi yari yaciwe ukuboko, ururimi n’ukuguru. Kassim Kazungu, arongoye ishiramwe ry’abanyamwema albinos sans frontières aratera ivyatsi ubwo bwicanyi, avuga kandi ko bifitaniye isano n’abakoresha ibijanye n’ubupfumu. Kassim kazungu akongerako ko iyo ngendo isubiye kwaduka mugihe hari hamaze igihe ata bwicanyi nk’ubwo butumbereye abanyamwema gusa buvugwa. Uwo arongoye ishiramwe ry’abanyamwema agasaba leta kwitaho umutekano w’uwo murwi w’abantu. Mu mwaka 2008, abanyamwema bagera kuri 20 barishwe hano mu Burundi, bikavugwa ko ibihimba vyabo biheza bikaja kugurishwa mu bihugu bibanyi ngobigakoshwa mu bintazi.
Ni nde yoba agiye gusubirira umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu CPI ?
Imyiteguro yogusubiriza umupfasoni Fatou Bensouda mu kibanza c’umushikirizamanza mukuru wa Sentare mpuzamakungu, yatanguye muri uku kwezi kwa 8 uyu mwaka. Uyo mupfasoni ava mu gihugu ca Gambiya azova muri ayo mabanga itarike 15 Ruheshi 2021. Akaba amaze i manda yiwe y’imyaka 9 kandi ico kiringo kikaba gisanzwe kitongerwa. Abipfuza ku musubirira muri ayo mabanga bafise iminsi 90 kugira batange ibibaranga. Komite igizwe n’abaserukira ibihugu vyabo n’abashikirizamanza b’ibihugu biri muri iyo sentare. Iyo komite ifise gushika muri Ruheshi 2020 kugira ibe yashikirije ibihugu 122 bihurikiye muri iyo sentare urutonde rwa bantu bari hagati ya batatu na batandatu bipfuza kuja kuri iyo ntebe y’umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu, kugira batoremwo umwe ashingwa ayo mabanga. Amatora nyezina akazoba mumpera za 2020 mu nama rukokoma izobera i New York muri leta zunze ubumwe za Amerika. Muri iyi myaka umupfasoni Fatou Besounda amaze ari umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu, ibihugu bimwe bimwe bikaba vyaravuye muri iyo sentare. Uburundi  ni kimwe muri ivyo bihugu vyashimye gukinjura muri iyo sentare, bukaba bwavavanuye niyo sentare itarike 27 ukwezi kw’10 mu 2017.
Umuririmvyikazi yaraye ahatswe atemagujwe imipanga
Umuririmvyikazi azwi kw’izina rya Lina Blanche akaba n’umufasha w’umuririmvyi yamenyekanye kw’izina rya Vivi canke Muyomba yaraye atemagujwe imipanga, bikavugwa ko yaravuye gukoresha ibiteramo vy’ijoro bita Karaoke, ariko  Imana irakinga ntabwo yahasize ubuzima. Ivyo bikaba vyabereye hafi yaho asanzwe aba mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, muri quartier Kamesa, zone Musaga muri komine Muha. Hakaba haciye igihe abantu bitwaje imipanga abenshi bise babipanga bavugwa mu mazone agize Muha. Uwararongoye ishirahamwe ry’abaririmvyi AMICAL des musiciens Bruno Simbavimbere batazira member yaratemaguwe bimuviramwo kwitaba Imana muntango z’ukwezi  kwa gatatu uyu mwaka.

Uruyoya rwakerewe na nyina aruvyara
Umupfasoni azwi kw’izina rya Uwimana Jacqueline w’imyaka 23 aba ku musozi Gisenyi muri komine Busoni mu ntara ya Kirundo, yaranize uruhinja rwiwe rutari bwanakwize ukwezi akoresheje imbugita. Uwo mwana akaba yari yavutse itarike 30 z’ukwezi kwa Mukakaro uwu mwaka.
Uwo mukenyezi yihekuye amaze gufatwa akaba yisiguye avuga ko yakoze iryo bara ngo kubera umugabo bamuvyaranye yari yamwihakanye. Muri kino gihe akaba ari mu minwe y’abajejwe umutekano mu kurundira ko azoshikirizwa ubutungane kugira acirwe urubanza.
Amazi atekeye mubumwanya n’imfungurwa zihiye bidandarizwa mu masoko  vyabujijwe na Mairie
Mw’itangazo ryo kuri uyu wa mbere, umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa yahagaritse uburiro n’ubunywero bukorera mu masoko, muma parkingi, no ku miserege y’amabarabara. Habujijwe kandi kundandaza amazi n’imitobe bitekeye mubumwanya n’imfungurwa zihiye bidandarizwa mu masoko. Iyindi ngingo yafashwe n’uko atawosubira kuvoma amazi yo mu nzuzi n’imiserege. Umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa, agasigura ko izo ngingo zafashwe muntumbero yogukingira ikiza ca korera, akemeza kandi ko kugeza ubu abantu 126 aribo bamaze gufatwa n’ico kiza kandi ko hibonekeza abagwayi bari hagati ya 4 na 5 ku munsi. Zone zimaze guterwa n’ico kiza ni zine arizo  Buyenzi, Buterere, Cibitoke na Kanyosha.
Umurwi CNTB uvuga ko amadosiye mashasha 1022 ariyo aheruka kwakirwa vuba
Umurwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB (Commission Nationale des Terres et autres biens) umenyeshako amatati angana 1022 ariyo aheruka kwakirwa muruwo murwi inyuma yaho ibwirizwa rishasha rigenga uwo murwi  rihaye ikiringo c’imyaka 2 yonyene abateshejwe ivyabo n’intambara bataritura uwo murwi  kugira bawiture. Mu kiganiro umuvugizi w’umurwi CNTB yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatanu igenekerezo rya 02 Myandagaro umwaka wa 2019, Dieudonne MBONIMPA avuga ko murayo matati mashasha baheruka kwakira ayashika 481 arayo mu ntara hagati mu gihe amatati ashika 541 nayo ariyo yakiriwe mu gisata c’iyungururizo. Murico kiganiro uwo muvugizi w’umurwi CNTB yavuze ko amatati 23 180 yararindiriwe gutaturwa imbere y’uko ibwirizwa rishasha rigenga uwo murwi rishikirizwa,ayashika 2869 muriyo yaherahejwe ku rwego rw’intara, ayashika 881 mu gisata c’iyungururizo nayo nyene araherahezwa mu gihe amatati 71 yaherahejwe yongera arashirwa mu ngiro. Dieudonne MBONIMPA avuga ko kuva kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi umwaka wa 2019 mu murwi CNTB bafise amatati 20452 abwirizwa guherahezwa hamwe no gushirwa mu ngiro mu kiringo c’imyaka 3 iri mbere ,muriyo ayashika 18120 akaba ariyo ku rwego rw’intara mu gihe ayashika 2332 ariyo mu gisata c’iyungururizo. Umurwi ujejwe gutatura amatati y’amatungo n’ayandi matungo CNTB washinzwe mu mwaka wa 2006 gushika ubu ukaba umaze kwakira amatati ibihumbi birenga mirongo itandatu, ubu  ibwirizwa rishasha rigenga uwo murwi  riwuha ikiringo c’imyaka 3 mu gihe ibwirizwa rya kera ryashingako ikiringo c’uwo murwi ari imyaka 5 ishobora kwongerwa.
Gitega :Abanyororo 4 bakomeretse inyuma y’akaguma kadutse mw’ibohero
Umurwi w’abanyororo bo mw’ibohero ryo mu ntara ya Gitega bakomerekeje uwitwa Jean Laitu IRAKOZE bakoresheje imbugita inyuma yaho uwo murwi uteje umutekano muke muriryo bohero wongera ukomeretsa abandi batatu mw’ijoro ry’ubuca ari ku w’Imana igenekerezo rya 28 Mukakaro umwaka wa 2019. Amakuru dukesha ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza avuga ko abo batatu bakomeretse ari Cubwa Ladislas, Nzeyimana Claude, Irakoze Jean bosco bakaba bakomerekejwe nabitwa Bigirimana Jean De Dieu, Nzeyimana Jean Claude,Bayubahe Willy,Ndabahinyuye Pablo,Niyonzima J pierre,Nkurunziza Elvis hamwe na Ndayisaba Reverien. Ayo makuru abandanya avuga ko abo banyororo bateje umutekano muke muriryo bohero rya Gitega bongera bakomeretsa bagenzi babo bose bashizwe hamwe kugira bahanwe ndetse n’izindi ngingo zifatwe.
Kinindo – Kibenga :Ibikoresho bikoreshwa mu kuroba vyafashwe
Ibikoresho bikoreshwa mu kuroba vyafashwe vyongera biraturirwa muri karitiye ya Kibenga zone Kinindo mu gisagara ca Bujumbura aho bita kwa Bucumi biri ku mweha utemewe n’amategeko. Amakuru dukesha igiporisi c’Uburundi avuga ko ivyo bikoresho vyafashwe mu gihe igiporisi hamwe n’igisirikare bijejwe uruja n’uruza mu mazi bari mu gikorwa co kwishikira ku kivi baca bafata insenga zishika 5000 hamwe n’ubwato 50. Ayo makuru abandanya avuga  ko hafashwe  umwambaro w’igiporisi bita « imperméable » mu cumba kimwe c’inzu iri murico gice kandi ko uwayifatanywe ari mu minwe y’inyamiramabi yo muri zone Kinindo.
Muyinga –Butihinda :Imodoka itwaye imifuko irimwo umuvyivyi yafashwe
Imodoka yaritwaye imifuko irimwo igiti c’umuvyivyi c’i Bugabira mu ntara ya Kirundo yafatiwe ahitwa ku Mukenke i Kobero mu ntara ya Muyinga iriko ija mu gihugu ca Tanzaniya. Amakuru dukesha ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza avuga ko iyo modoka yafashwe ariyomu bwoko bwa Probox ifise imparati IA 5076 ikaba yarimwo abantu batatu aribo Kaziri Eric,Majambere Ernest hamwe na Bizimana Sylvestre . Ayo makuru avuga ko ivyo biti bari babijanye mu gihugu ca Tanzaniya ,ubu iyo modoka,iyo mifuko irimwo ico giti c’umuvyivyi hamwe n’abo bantu batatu bari muriyo bose bari mu biro vy’inyamiramabi yo muri komine Butihinda kugira hakorwe amatohoza.
Makamba -Mabanda:Abantu 381 bakiriwe bahungutse
Abantu bangana 381 nibo bakiriwe bahungutse kuruno wa kane igenekerezo rya 18 Mukakaro 2019 ahitwa ku Mugina muri komine Mabanda mu ntara ya Makamba bavuye mu makambi y’impunzi ziri mu gihugu ca Tanzaniya. Amakuru dukesha urubuga rwa twitteur rw’igiporisi c’Uburundi avuga ko abo bahungutse bagizwe n’imiryango 120 irimwo abagabo 174 hamwe n’abagore 207bakaba bakiriwe igihe c’isaha zitanu za gatondo k’urubibe Uburundi buhana na Tanzaniya ku Mugina. Ayo makuru ajanye n’abo bahungutse abandanya avuga ko abo baje bahunguka bavuye mu nkambi ya Nyarugusu,iya Nduta hamwe no mu nkambi ya Mtendeli zose mu ntara ya Kigoma aho mu gihugu ca Tanzaniya. Bivugwako abantu 258 murabo bahungutse bava mu ntara ya Makamba,abashika 111 arabo mu ntara ya Rutana hamwe n’abandi 12 bava mu ntara ya Rumonge.
Gitega – Mutaho :Abantu batanu bafashwe inyuma y’igisasu catewe
Abantu bashika batanu (5) nibo bafashwe n’igiporisi co mu ntara ya Gitega inyuma yaho abagizi ba nabi bateye igisasu ntezwantoki k’urugo rwa musitanteri wa komine Mutaho. Amakuru dukesha ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza n’igihe c’isibe avuga ko ico gisasu ntezwantoki catewe mw’ijoro buca ari ku musi wa kane igenekerezo rya 18 Mukakaro 2019 igihe c’isaha zibiri z’ijoro ku murwa mukuru wa komine Mutaho aho mu ntara ya  Gitega. Ayo makuru avuga kandi ko ico gisasu ntezwantoki catewe kururwo rugo rwa musitanteri camukomerekeje ubu amatohoza ariko arakorwa.
Gitega:Abantu 4 baciriwe umunyororo wo guherayo
Sentare nkuru y’intara ya Gitega yaraciriye kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 16 Mukakaro 2019 umunyororo wo guherayo abantu bane (4) inyuma yo kwagirwa n’icaha co kwica abantu batatu aribo uwitwa Andree MUGOHORE n’umugore wiwe Marguerite hamwe n’umwana wabo Mechack. Amakuru dukesha umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa Agnes BANGIRICENGE avuga ko  abo bantu bane bagirizwa ico caha ari Judith NGENZAHAYO n’umugabo wiwe Raphael NYANDWI ,Melanie NTIHARIRIZWA n’umugabo wiwe Justin NGENDAKUMANA mugihe abo bagore babiri ari abakobwa b’uwo yishwe Andre MUGOHORE. Bivugwako umugore Marguerite yishwe ari umugore wa Andre MUGOHORE akaba mukase w’abo bakobwa mu gihe umuhungu Mechack nawe yishwe nyene ari umwana wa mukase na se wabo. Ico caha co kwica abo bantu cakozwe kw’igenekerezo rya  2 Mukakaro umwaka wa 2019 k’umutumba Butare muri Komine Itaba mu ntara ya Gitega.
Makamba –Mugina :Abantu 133 bakiriwe bahungutse
Abantu bangana 133 nibo bakiriwe bahungutse kuruno wa kabiri igenekerezo rya 16 Mukakaro 2019 ahitwa ku Mugina muri komine Mabanda mu ntara ya Mkamba bavuye mu makambi y’impunzi ziri mu gihugu ca Tanzaniya. Amakuru dukesha ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza avuga ko abo bahungutse bagizwe n’imiryango 38 irimwo abagabo 70 hamwe n’abagore 63 muribo 81 bavuye mu nkambi ya Nduta abandi 52 nabo bava mu nkambi y’impunzi ya Mtendeli. Bivugwako murabo bantu bakiriwe bahungutse 110 bava mu natara ya Makamba hamwe n’abandi 23 baturuka mu ntara ya Rutana.
Igiporisi c’Uburundi cerekanye inkozi z’ikibi zagirizwa ubugizi bwa nabi butandukanye
Igiporisi c’Uburundi cerekanye inkozi z’ikibi zine zagirizwa gukora ubugizi bwa nabi butandukanye bari basanzwe bari mu murwi umwe n’abandi bagizi ba nabi babiri baheruka gupfa bahitanywe n’amasasu y’abaporisi mu gihe bari bagiye kwerekana inkoho bakoresha baca bashaka kuyirasisha abaporisi ariho abaporisi baciye bivuna gutyo abo basuma baca barapfa. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza,Pierre NKURIKIYE avuga ko mu gihe abo bagizi ba nabi bashaka kwerekana iyo nkoho bakoresha mu bugizi bwa nabi ,abo bagizi ba nabi bashatse kuyihindukiriza kubaporisi nabo baca barivuna abagizi ba nabi babiri aribo Bigirimana Renovat hamwe na Ndayisaba Hypolithe baciye bahasiga ubuzima. Pierre NKURIKIYE yavuze ati :"Bahejeje kuyerekana bashatse kuyihindukiza ku bajejwe umutekano kugira babice nkuko bari bishe abandi ba porisi ba mbere ariko abajejwe umutekano baciye bivuna abo babiri baca barahasiga ubuzima hamwe n’abandi bane baciye bafatwa bagiye barakora n’izo nkozi z’ikibi z’biri." Pierre NKURIKIYE avuga ko iruhande yabo babiri bapfuye bahitanywe n’amasasu, hariho abandi bane bakorana nabo baciye bafatwa aribo Ntahimpera Michel,Nkurunziza Eric batazira kopi ,Bigirimana Samuel hamwe n’uwitwa Bigirindavyi Albino kandi ko hafashwe  n’inkoho zitatu zo mu bwoko bwa Kalachinikov hamwe n’amasasu yazo , zibiri murizo zikaba zari zatswe abaporisi bahejeje kuraswa ,iyindi akaba ariyo bari bakoresheje mu kurasa abaporisi bubwa mbere. Uwo muvugizi w’ubwo bushikiranganji aragabisha  umurwi wose w’inkozi z’ikibi wokwiyadukiza ushaka gukora ububisha ko abajejwe umutekano bari maso kugira bawutuze no kuwutesha akongera agasaba abanyagihugu kwitondera imvugo mugihe bumvise ubugizi bwa nabi buba bwabaye bashaka kubiha intumbero za poritike.

Igi police C’uburundi Kiri Maso
Aloys HABONIMANA yemeza ko amabohero afise abanyororo b’umurengera 
Umuyobozi mukuru ajejwe ivy’intwaro hamwe n’amategeko mu buyobozi bukuru bw’amabohero,Aloys HABONIMANA amenyeshako amabohero afise ibiharuro vy’umurengera vy’abanyororo kuko ugereranije n’abantu bategerezwa kuba muriyo usanga igitigiri cabo kirenze bigatuma bigira ingaruka zitandukanye. Mu kiganiro uwo muyobozi yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa mbere igenekerezo rya 15 Mukakaro umwaka wa 2019, Aloys HABONIMANA avuga ko gushika kw’igenekerezo rya 11 Mukakaro 2019 amabohero yo mu gihugu yarafise abanyororo bangana 10024 mu gihe yategerezwa kujamwo abantu bangana 4193. Aloys HABONIMANA avuga kandi ko murabo banyororo 10024 abashika ibihumbi 5353 ari abamaze gukatirwa urubanza mu gihe abangana ibihumbi 5380 nabo ari abanyororo batarakatirwa imanza. Uwo muyobozi wo murico gisata avuga ko ingaruka zivuye kuruwo murengera w’abanyororo zitabuze nk’izijanye n’ibura ry’imfungurwa  zikwiye kurabo banyororo,kubura uburyo bukwiye kuko hasabwa uburyo bwinshi ,ibura ry’abakozi bakwiye eka n’ibindi. Aloys HABONIMANA atera akamo abantu bose bafise ico bokora mu bijanye n’amabohero kugira urunani kugira bashobore gukora ibishoboka mu ntumbero yo kugabanura ibitigiri vy’abantu bari mu mabohero. Umusi mukuru wagenewe umufungwa wama uhimbazwa igenekerezo rya 18 Mukakaro uko buri mwaka utashe,ku rwego rw’igihugu c’Uburundi ukazohimbarizwa mu ntara ya Gitega kuriryo genekerezo nyene ku civugo kivuga giti “Abantu bose bakorera mu bijanye n’abafungwa dukorere hamwe mu kugabanura ubwinshi bw’abafungwa.”
Makamba : Abantu 3 bagirizwa ubwicanyi baciriwe urubanza
Sentare nkuru y’intara ya Makamba yahanishije umunyororo wo guherayo ku mugoroba wo ku wa gatanu igenekerezo rya 12 Mukakaro 2019 abantu batatu bagirizwa kwica umuntu ku nzu y’ingenzi muri komine Nyanza Lac hamwe no kwiba kuriyo hotel nyene. Amakuru atangwa n’umuvugizi wa Sentare Ntahinyuzwa Agnes BANGIRICENGE avuga ko umwe mu bantu bari bashengejwe muri sentare nkuru y’intara ya Makamba yagirizwa ivyo vyaha nyene yejejwe ivyaha. Tubibutseko umuntu yitwa Havyarima Nicodème w’imyaka 45 ariwe yishwe nabo basuma  ku musozi wa Kabondo komine Nyanza Lac mu ntara ya Makamba ku nzu y’igenzi EAST African hotel y’uwitwa Nizigama Cyprien.
Bubanza :Abagizi ba nabi baheruka kwica abaporisi bishwe
Abagizi ba nabi babiri baheruka gutera ikirindiro c’abaporisi co ku musozi Mutara muri komine ya Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura bishwe kuruno wa kane igenekerezo rya 11 Mukakaro 2019 igihe c’isaha zine n’iminota 50 mu gihe bashaka kurasa abaporisi bo ku musozi Buramata muri komine Gihanga mu ntara ya Bubanza. Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza Pierre NKURIKIYE avuga ko abo bagizi ba nabi bishwe bageze k’umusozi wa Buramata muri komine ya Gihanga mu ntara ya Bubanza bashaka gutora inkoho bakoresheje aho bayinyegeje. Ayo makuru abandanya avuga kandi ko iyo nkoho bari banyegeje AK47 ifise inomero 20009428 ari nayo bakoresheje mu kwica abo baporisi bo ku kirindiro ca Mutara ko yafashwe . Mu giporisi bavuga ko amatohoza akibandanya.
Nyanza –Lac : Uwakora akazi ko gucungera umutekano ku nzu y’ingenzi yishwe
Umuntu yitwa Havyarima Nicodème w’imyaka 45 yarishwe n’abasuma bataramenyekana ku musozi wa Kabondo komine Nyanza Lac mu ntara ya Makamba iyuma yaho bari bahejeje kwiba ku nzu y’igenzi EAST African hotel y’uwitwa  Nizigama Cyprien. Amakuru avuga ko uwo Havyarima Nicodème yarafise imyaka 45 akavuka k’umusozi Nyentakara muri komine Kayogoro mu ntara ya Makamba ,akaba yishwe inyuma yaho abasuma bari bahejeje kwiba amafaranga angana imiriyoni 5.513.000 y’amafaranga y’amarundi kuriyo nzu y’ingenzi aho Havyarima Nicodème yakorera akazi ko gucungera umutekano. Bivugwako abo basuma kugira bibe ayo mafaranaga bakoresheje imfunguruzo za magendu ,uwapfuye nawe yashikanywe mu buruhukiro bw’ibitaro vya Nyanaza Lac kandi amatohoza yimbitse yamaze gutangura.
Umurwi CVR washize ahabona ivyo ugiye kurangura mu myaka ine irimbere
Umurwi w’igihugu ujejwe gutohoza ukuri no kunywanisha Abarundi CVR (Comission Verite et Reconcilaition) umenyesha ko ivyo usabwa ari gutohoza abarundi bishwe bivuye ku magume Uburundi bwaciyemwo mu myaka itandukanye ,kumenya ahantu mu gihugu hatawe abantu murivyo bihe ,kumenya abarundi canke abanyamahanga bashoboye gukingira abandi mu bihe vy’amagume hamwe no kuvuga uko babona umugambi wo kunywanisha abarundi uko wogenda mu kuvuga abarundi bamaze gutanga ikigongwe kubandi hamwe no kuvuga abarundi bahawe ikigongwe n’abandi. Ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’umurwi ujejwe gutohoza ukuri no kunywanisha abarundi Pierre Claver NDAYICARIYE,mu nama yatunganije  kur’uno wa kane igenekerezo rya 27 Ruheshi 2019 mu ntumbero yo kumenyesha urutonde rw’ibikorwa uwo murwi uzorangura kuva muruno mwaka wa 2019 gushika mu mwaka wa 2022. Pierre Clver NDAYICAIYE avuga ko urwo rutonde barukuye mw’ibirizwa bakoresha ryashizweko umukono mu kwezi kwa Munyonyo umwaka wa 2018 kandi ko ivyo vyose bazobikora bakoranye n’abarundi kuko ukuri bashinzwe gutohoza kuzovurwa n’abarundi hamwe n’abanyamahanga bamwe bamwe babonye ivyabaye ,gukoresha ivyanditswe ku banyamahanga naho ivyanditswe bibitse mu mahanga bazogerageza kubisaba kugira bakuremwo ukuri. Kubijanye n’uburyo bushika imiriyaridi 21 uwo murwi uzokoresha, Pierre Claver NDAYICARIYE avuga ko uwo murwi ukoresha uburyo buva muri reta y’Uburundi kandi ko reta itananirwa ndetse nayo basaba adakwiye uravye ibikorwa uwo murwi ushinzwe kuko muvyo bashinzwe harimwo ivyo gushinga ivyibutso ku rwego rw’igihugu,ku rwego rw’intara eka no ku rwego rwa makomine kandi murico gitigiri batashizemwo amafaranga ivyo bikorwa vyotwara. Kubijanye n’abarundi bahunze igihugu bari hanze y’igihugu bashobora kugira ico baterera mu kuvuga ukuri bazi ,Pierre Claver NDAYICARIYE avuga ko ubwa mbere bazokorera mu gihugu hagati kuko ariho hari abarundi benshi ariko mu nyuma bazoja no mu barundi baba mu mahanga canke mu makambi y’impunzi,ariko imbere yaho bazokwugurura umuhora wo mu buhinga bwa none kugira abafise ico baterera babe baravyandika biciye murubwo buryo. Pierre Claver NDAYICARIYE yavuze ati : « Abarundi baba mu mahanga canke mu makambi y’impunzi bavuka mu Burundi bafise imiryango mu Burundi kandi muribo harimwo n’ababuze ababo mu mitumba no mu ma karitiye nabo nyene bazokwumvirizwa kugira bashikirize ukuri bazi. » Uwo arongoye CVR avuga ko kubera ko umwaka uza himirije amatora hari ibikorwa bimwe uwo murwi uzoba urakora bisaba uburyo buke kugira amatora arengane hama ibisaba uburyo bwinshi bizoza inyuma.
Kayanza –Paruwasi Musema :Ibisasu ntezwantoki 2 vyatowe mu biharage vyatanzwe nk’imperezwa mu misa
Ibisasu ntezwantoki bibiri (Grenandes) nivyo vyatowe kuri paruwasi Musema iri k’umusozi Kiryama muri komine Butangazwa mu ntara ya Kayanza ku mugoroba wo kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 26 Ruheshi 2019 igihe c’isaha cumi n’imwe n’inusu. Amakuru atangwa n’ubushikiranganji bw’umutekano no kurwanya ibiza avuga ko ivyo bisasu ntezwantoki vyatanzwe n’abakirisu batamenyekanye mu gihe co gutanga ishikanwa. Bazishize mu biharage bashikanye igihe c’imisa. Ayo makuru avuga ko ivyo bisasu bikomeye kandi vyaciye bitangwa mu minwe ya komisariya yo muri komine Butaganzwa kandi amatohoza aza yatanguye kugira abatanze ivyo bisasu babicishije mu biharage bashikanye bamenyekane.
Juma Edouard :« Abazokwagirwa n’ubusuma bwaribwo bwose mu gisata c’indero bazohanwa bikomeye. » 
Ubushikiranganji bujejwe indero hamwe n’inyigisho z’imyuga buragabisha abayobozi b’amashure,abigisha hamwe n’abanyeshure ko abazokwagirwa n’ubusuma ubwaribwo bwose mu bijanye n’indero muri kino gihe c’impera z’umwaka bazohanwa bimwe bikomeye hisunzwe amategeko. Mu kiganiro umuvugizi w’Ubushikiraganji bw’indero yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatatu igenekerezo rya 26 Ruheshi umwaka wa 2019, Juma Edouard avuga ko ubushikiranganji bw’indero bwihaye ihangiro ryo gutuza ubusuma ubwaribwo bwose mu gisata c’indero ,akaba yavuze ko uwuzokwagirwa n’ubusuma mur’ico gisata azohanwa bikomeye. Mur’ico kiganiro Juma Edouard avuga ko kubijanye n’igikorwa co gufata ingingo kugira umunyeshure yunguruzwe canke asubiremwo umwaka hazokwisungwa amategeko nshikiranganji ategekanya gufata ingingo « Deliberation » kuko vyashitse ku mwaka w’ishure uheze hibonekeje abisunze itegeko rya kera mu gihe hariho irindi rishasha ribitegekanya. Juma Edouard yavuze ati : « Ntihagire uwuzofata ingingo akoresheje irindi tegeko,bose bategerezwa kwisunga itegeko rishasha ry’ubushikiranganji ribitunganya kuko haribonekeje mu mwaka uheze abisunze itegeko rya kera. » Uwo avugira ubwo bushikiranganji atera akamo abayobozi b’indero mu ma komine gukora ibishoboka kugira bamenye ko abayobozi bose b’amashure baronse iryo tegeko ryo kwisungwa. Kubijanye n’imyiteguro y’ikibazo gitanga uburenganzira bwo kuja mu mashure y’inyigisho za Kaminuza, Juma Edouard avugira ubwo bushikiranganji bw’indero avuga ko umurwi ujejwe gutegura ico kibazo wama ushirwaho buri mwaka buri mwaka, kandi ko gushika ubu uri ku kivi muvyo umaze gukora ari ugusoma amadosiye y’abanyeshure bazokwitaba ico kibazo hamwe no gutunganya intonde zabo banyeshure bazokora ico kibazo. Kubijanye n’ivyirwa bizokorwa murico kibazo ca reta gitanga uburenganzira bwo kuja mu mashure ya kaminuza,uwo avugira ubwo bushikiranganji avuga ko hariho itegeko nshikiranganji ritomora neza ivyigwa bizokorwa mu bisata vyose bitandukanye vy’amashure y’inyuma y’ishure nshingiro.
Mairie – Nyakabiga : Inkoho imwe n’amasasu 29 vyatowe
Inkoho imwe yitwa AK 47 yo mu bwoko bwa Kalachinikov ifise inomero 691445 hamwe n’amasasu 29 nivyo vyatowe k’umugoroba wo kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 25 Ruheshi 2019 mu nzu icubakwa  iri muri karitiye Kirwati muri zone Nyakabiga mu gisagara ca Bujumbura. Amakuru dukesha umuvugizi w’Ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza Pierre NKURIKIYE avuga ko ivyo bigwanisho vyatowe inyuma yaho nyene iyo nzu ahaye amakuru abajejwe umutekano inyuma yaho uwahora ayibamwo ayihevye ayivuyemwo. Ayo makuru avuga kandi ko idosiye iza yuguruwe kugira umuntu wa nyuma yabaye muriyo nzu akorerweko amatohoza.
Mu ntara ya kayanza umugabo yishe umukenyezi n’umwana wiwe
Umukenyezi w’imyaka 50 n’umwana wiwe w’umukobwa w’imyaka 13 baba Ku musozi Kibavu, komine Matongo n’intara ya Kayanza, baragandaguwe bazibuwe imbugita na serugo mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu uheze buca ari kuw’Imana. Akaborerwe ngo kakaba kabaye imbarutso y’ubwo bwicanyi ngo kuko uwo nyene gukora iryo bara yahora ahiga ko umusi uri izina azokwiha inkumbi bivanye n’uko atari abanye neza n’umugore wiwe. Kubera inkoni yakubiswe n’ababanyi, ubu uwo nyene gukora iryo bara arwariye mu bitaro bikuru vyo mu Kayanza aho acungishijwe ijisho mu kurindira ko akira hanyuma agashengezwa imbere y’ubutungane.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa shingiro yatunganijwe ukundi gushasha
Ku wa kabiri igenekerezo rya 25 Ruheshi inamanshingamateka yarize yongera irahinyanyura itegeko rigenga sentare yubahiriza ibwirizwashingiro. Umushikiranganji Aimée Laurentine KANYANA yabwiye abashingamateko ko imvo yatumye iryo tegeko rihinyanyurwa ar’ukugira ryisunge ibwirizwashingiro rishasha, ubwigenge muburyo iyo sentare ikoresha hamwe nukugira iyo sentare ishobore kwigenga vyukuri. Aha n’ibiringo co kimwe n’uburusho vyabagize iyo sentare bikaba vyarongerejwe.  Amwe mumakenga yashikirijwe n’abashingamateka nay’ukumenya nyimba vyukuri inyuma yiryo hinyanyurwa iyo sentare izoheza ikigenga vyukuri,hamwe  n’ukumenya kandi nyimba ubushikiranganji bwoba bwahora bwivanga mumirimo yiyo sentare.  Umushikiranganji Kanyana akaba yishuye ko uburyo iyo sentare yahora ikoresha bwahora bukurikiranwa niyo sentare ivyahora bidindiza rimwe rimwe ibikorwa vyaho. Akemeza ko atakwivanga mubikorwa vyiyo sentare kwahora kuhaba  ati hamwe iryo tegeko ryohinyanyurwa uturusho tukaronswa abacamanza bo mur’iyo Sentare, vyotuma koko bigenga. Abashingamateka bakaba bahavuye bemeza iryo tegeko ijana kw’ijana.
Makamba – Kayogoro : Abantu 2 basize ubuzima,inzu 4 zirasambuka inyuma y’imvura yaguye
Abantu babiri nibo batowe kuruno wa kabiri igenekerezo rya 25 Ruheshi 2019 ku nkengera z’uruzi Mutsindozi rugabura komine Kayogoro y’intara ya Makamba hamwe na komine Gitanga yo mu ntara ya Rutana inyuma yaho imvura nyinshi igwiriye ikonona ibintu. Amakuru dukesha ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza avuga ko iyo mvura yaguye ku musozi wa Butane wo muri zone na komine Kayogoro yatumye abantu 2 bahasiga ubuzima hamwe n’amazu 4 yo kuruwo musozi yasambutse. Ayo makuru abandanya avuga ko abo bantu bahasize ubuzima ari Iteriteka Solange w’imyaka 7 akaba ari umwana wa  Ndagijimana Gervais na Ndayikunda Sylvaine hamwe na Iteriteka Nadia w’imyaka 8 umwana wa  Ndayimirije Athanase na Niyonsaba Espérance.
Makamba –Mugina : Abantu 349 bakiriwe bahungutse
Abantu bangana 349 nibo bakiriwe bahungutse kuruno wa kabiri igenekerezo rya 25 Ruheshi umwaka wa 2019 ,ku Mugina muri komine Mabanda mu ntara ya Makamba bavuye mu nkambi za Nduta na Mtendeli mu gihugu ca Tanzaniya. Ayo makuru avuga ko abo bantu bagizwe n’imiryango 97 aho imiryango 72 igizwe n’abagabo 124 hamwe n’abagore 142 bavuye mu nkambi ya Nduta mu gihe imiryango 25 igizwe n’abagabo 40 hamwe n’abagore 43 bavuye mu nkambi ya Mtendeli. Bivugwa ko abantu 167 bava mu ntara ya Makamba,42 mu ntara ya Bururi mu gihe abandi 140 arabo mu ntara ya Rutana.
Mairie – Gihosha : Inkoho 2,ibikono vy’amasasu 6 n’amasasu 48 vyatowe
Inkoho zibiri AK47 ,ibikono vy’amasasu bitandatu birimwo amasasu 29 hamwe n’amasasu 19 bita MI AK47 nivyo vyatowe mu gatondo ko kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 24 Ruheshi 2019 mu Gihosha mu gisagara ca Bujumbura hafi y’ishure ryisumbuye ry’imyuga ETS Kamenge. Amakuru atangwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza Pierre NKURIKIYE avuga ko ivyo bigwanisho vyatowe inyuma yaho abanyagihugu bo mur’ico gice bari bahaye amakuru abajejwe umutekano. Ayo makuru abandanya avuga ko inyuma yo gutora ivyo bigwanisho,abajejwe umutekano baciye basaka mu micungararo yaho vyatorewe kandi ko  ata kintu na kimwe batowe ariko amatohoza aza yatanguye.
Mairie :Inkoho zibiri zafashwe k’uwufise ubwenegihugu bwa Amerika
Inkoho 2 hamwe n’abantu bashika 30 badafise ivyangombwa hamwe n’ibibaranga nibo bafashwe mu bucagucagu kw’igenekerezo rya 23 Ruheshi 2019 k’urugo rw’umuntu afise ubwenegihugu bwa Amerika yitwa Johnson Kenneth. Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza Pierre NKURIKIYE avuga ko izo nkoho 2 hamwe n’abo bantu bafashwe inyuma yaho hakozwe isaka suzuma ku musi w’Imana uheze mu ma karitiye ya Gihosha,Muyaga hamwe na Gisandema.
Ayo makuru avuga ko abantu 20 murabo bafashwe  badafise amakaye y’imiryango,7 ata karangamuntu bafise hamwe n’abandi 3 bava mu gihugu ca Repuburika Iharanira Intwaro rusangi ya Kongo batagira ibibaranga bibemerera kuba mu Burundi. Mu bushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza bavuga ko igikorwa kijanye no kwirukana abo bantu ku butaka bw’Uburundi kiriko kiratungaywa.
Agnes BANGIRICENGE :”Ingingo ya sentare yo gufata amatungo ya bamwe mu bagirizwa gutembeza ubutegetsi siyo guhohotera.”
Umuvugizi wa Sentare Ntahinyuzwa Agnes BANGIRICENGE amenyeshako ingingo ya sentare yafashwe yo gufata amatungo ya bamwe mu bagirizwa gutembeza ubutegetsi atariyo guhohotera imiryango yabo kuko bitakozwe ku mvo zo kunyaga kandi hatanzwe imyaka 15 kugira uwushaka kunguruza yunguruze. Ivyo yabishikirije mu kiganiro c’abavugizi b’inzego z’igihugu catunganijwe kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 21 Ruheshi umwaka wa 2019, aho yavuze ko irya ngingo yo gufata arya matungo yafashwe kugira ayo matungo ntabandanye afasha abashaka kwonona umutekano mu gihugu,abononewe ibintu n’abagirizwa gutembagaza ubutegtsi bazoronswe indishi hamwe no kugira abasize ibintu vyabo biriko birononekara bishobore kuja mu minwe ya Reta. Agnes BANGIRICENGE avuga ko murabo bagirizwa gutembagaza ubutegesti uwuzokwagirwa n’icaha azohanwa hisunzwe amategeko mu gihe uwuzokwera nabo azosubizwa amatungo yiwe. Kubijanye n’abasohorewe imitahe yo gufatwa batari mu gihugu boshobora gutahuka mu ntumbero yo gusaba ikigongwe,uwo avugira Sentare Ntahinyuzwa avuga ko sentare ata kigongwe itanga ahubwo uwusohorewe umutahe yitaba sentare ikamucira urubanza yejejwe akezwa mu gihe yagiriwe n’icaha naho agahanwa hisunze amategeko.
Rutana :Abantu 7 bagirizwa gukoresha impapuro za magendu bafashwe
Abantu indwi (7) bagirizwa gukoresha impapuro z’amagendu zitangwa ku bantu baciwe amahadabu  kubijanye n’amakosa yakozwe ku bagendesha imiduga n’amapikipiki mw’ibarabara bafashwe mu ntara ya Rutana inyuma yaho abajejwe umutekano bagize umukwabu. Amakuru atangwa n’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza avuga ko murico gikorwa cakozwe kuva kw’igenekerezo rya 9 gushika igenekerezo ya 17 Ruheshi umwaka wa 2019,hafashwe imodoka zitandatu (6) hamwe n’ipikipiki (2). Ayo makuru avuga kandi ko abo bantu uko ari indwi bose bariko bakorerwa idosiye ijanye n’amategeko barenze.
Ruyigi – Gisuru : Abantu 398 bakiriwe bahungutse
Abantu bangana 398 nibo bakiriwe bahungutse ahitwa ku murwa mukuru wa komine Gisuru mu ntara ya Ruyigi bavuye mu nkambi za Nyarugusu ,Mtendeli hamwe n’inkambi ya Nduta zo mu gihugu ca Tanzaniya nkuko tubishikirizwa n’ubushikiranganji bujejwe umutekano hamwe no kugwanya ibiza. Ayo makuru avuga ko abo bahungutse bagizwe n’imiryango 144 nayo ikaba igizwe n’abagabo 212 hamwe n’abagore bangana 186. Bivugwako abo bahungutse bose uko ari 398 abashika 233 bava mu ntara ya Ruyigi,141 nabo arabo mu ntara ya Cankuzo mu gihe abashika 24 nabo muribo bava mu ntara ya Gitega.
Ishirahamwe PARCEM rihorwa iki kugira rihagarikwe vy’imfatakibanza ?
Ishirahamwe ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro PARCEM (Parole et Action pour le reveil des Consciences et l’Evolution des Mentalites) ryahagaritswe vyimfatakibanza mu bikorwa ryavyo n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’inyigisho zo gukundisha igihugu. Mu rwandiko  inomero 530/ 1017 ryo kw’igenekerezo rya 3 Ruheshi umwaka wa 2019 ry’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu rivuga ko igihano co guhagarikwa c’iryo shirahamwe cari cakuwe inyuma yaho uwurirongoye yiyemeje ko bagiye gukora bisunga ivyasabwe ariko ata kintu na kimwe cakozwe mu kubikurikiza. Urwo rwanidko ruvuga kandi ko naho iryo shirahamwe PARCEM ryagabishijwe kenshi ryagumye rikora ritisunga intumbero hamwe n’amategeko ngenderwako yaryo hamwe no gucafuza ishusho y’igihugu n’indongonzi zaco mu ntumbero yo guhungabanya amahoro. Urwo rwandiko ruheraheza ruvuga ko Iyo ngingo yo guhagarika vy’imfatakibanza ishirahamwe PARCEM rica rija mu ngiro kuruwo musi rwateweko umukono.
Ishirahamwe CCP rivuga ko abana babana na ba nyina mu mabohero bahanzwe n’ibibazo vyinshi
Icegera c’uwurongoye ishirahamwe impuhwe  ku bana bari mu mabohero CCP (Concern for Children in Prison) Claude NDAYAVUGWA, avuga ko abana bari kumwe na ba nyina babo mu mabohero ataco bikenuza ,bataja kw’ishure kandi  hariho n’abatanditswe mu bitabo ndangamuntu vy’amakomine bigatuma iyo bavuye mu mabohero bibagora kubaho mu buzima bwabo kuko ivyo abandi bana bashobora kuronka mu miryango bobo batabironka. Mu cirwa yatunganije kubijanye n’abana bafise imyaka iri musi y’i 3 babana na ba nyina babo bafunzwe mu mabohero, Claude NDAYAVUGWA amenyeshako abana bari mu mabohero mu mwaka wa 2016 bangana 58,mu  2017 bashika 107 mu gihe muri 2018 bangana 99. Claude NDAYAVUGWA avuga ko amategeko atomora neza ko umwana afise imyaka 3 yategerezwa kuva mw’ibohero kandi ko ikibabaje aruko abo bana baronswa imfungurwa nkizo ba nyina wabo bahabwa nukuvuga imfungurwa z’abakuze mu gihe bategerezwa kuronswa imfungurwa zigenewe abana nk’ubuyi,ivyamwa n’ibindi umwana akenera. Kubijanye n’ikibazo c’abana barenza imyaka  3 bakiri mu mabohero kenshi biratera ingorane mu miryango itabakira nk’umwana yavyariwe mw’ibohero inda yayitwariyeyo aho bigora nyina wiwe kuronka umuntu yorungikira uwo mwana mu muryango ,icokorwa mukubafasha aruko hoba ibigo vyabigenewe biri hafi y’amabohero bishobora kwakira abo bana  bikabafasha kuja kw’ishure no kubarera kugira ba nyina babo barekuwe bazoce babatahana muga abana batahomvye indero. Muri CCP bavuga ko ikindi cokorwa aruko abakenyezi bari mu mabohero bakwiye kwigishwa uko borera abana bari mu mabohero kuko ibohero ritarera. Ico cegera cuwurongoye ishirahamwe CCP  asaba ko umwana afise imyaka itarenga 3 abana na nyina mw’ibohero yogaburirwa neza,akambikwa neza ,yige naho aba ari mw’ibohero kandi yongere aronswe  umwanya wo gukina nkuko biri mu burenganzira bwiwe.
Gitega :Igiporisi cafashe uwukora inoti za magendu
Igiporisi c’uburundi cafashe uwitwa IRAKOZE Godfroid afise amafaranga ya magendu angana ibihumbi 450 vy’amafaranga y’amarundi agizwe n’inoti z’ibihumbi cumi cumi. Amakuru atangwa avuga ko uwo IRAKOZE Godfroid yafatiwe hafi yaho ishirahamwe ryo gutumatumanako Econet Wireless rikorera mu ntara ya Gitega afise ayo mafaranga ya magendu. Bivugwa ko inyuma yo gusaka aho asanzwe aba ahitwa mu Rutegama aho nyene mu ntara ya Gitega ,basanze hariho amafaranga ya magendu angana n’imiriyoni 2 hamwe n’ibihumbi 30 vy’amafaranga y’amarundi agizwe nyene n’inoti za cumi cumi. Mu giporisi bavuga ko uwo IRAKOZE Godfroid ari mu minwe y’igiporisi kijejwe amatohoza mu ntara ya Gitega kugira hakorwe idosiye ijanye n’ubwo busuma bwo kwigana inoti.
Ishirahamwe ZIRIKANA UB -95 risaba ubutungane kwerekana ukuri ku bwicanyi bwo muri kaminuza y’Uburundi mu mwaka w’i 1995
Ishirahamwe ZIRIKANA UB -95  rihurikiyemwo abarokotse ubwicanyi bwakorewe abanyeshure muri kaminuza y’Uburundi mu mwaka w’i 1995 risaba ubutungane bw’Uburundi kwerekana ukuri kuvyabaye mur’ubwo bwicanyi kugira ababikoze bahanwe,abo vyakozeko nabo bashumbushwe. Mu kiganiro umukuru wa ZIRIKANA UB -95 yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kabiri igenekerezo rya 11 Ruheshi 2019, Joseph NKURUNZIZA avuga ko  kubona umuntu yari kw’isonga ry’ubwo bwicanyi ariwe Clément NKURUNZIZA yarafashwe,ubutungane bukwiye kumucira urubanza kugira umuco uboneke kuvyabaye mur’uwo mwaka wa w’i 1995 muri kaminuza y’Uburundi. Mu gihe umurwi ujejwe kumenyesha ukuri no kunywanisha Abarundi CVR uvuga ko hazokubakwa icibutso kimwe mu gihugu c’abahitanywe n’ubwicanyi,mw’ishirahamwe ZIRIKANA UB -95 basaba ko hubakwa icibutso muri Kaminuza y’Uburundi kijanye n’ubwo bwicanyi bwakorewe abo banyeshure. Joseph NKURUNZIZA yavuze ati : « Ico cibutso cabagandaguwe muri kaminuza y’Uburundi gitegerezwa kubaho naho umurwi CVR ufise ivyo wategekanije ku rwego rw’igihugu ku bijanye no kwubaka icibutso kimwe mu gihugu,natwe ntitubujijwe kubisaba. » Kubijanye n’igitigiri c’abanyeshure bagandaguwe muri kaminuza y’Uburundi mu mwaka w’i 1995,uwo mukuru w’iryo shirahamwe avuga ko igitigiri kitaramenyekana ariko bisunze amazina y’abagandaguwe barenga 100.
Muyinga –Giteranyi :Uwagirizwa gukora imyimenyerezo ya gisirikare muri Tanzaniya yafashwe
Umuntu yitwa Habimana Shabani yagirizwa gukora imyimenyerezo ya gisirikare mu nkambi y’impunzi ya Mtendeli iri mu gihugu ca Tanzaniya yafashwe n’abajejwe umutekano inyuma yaho yaravuye muriyo nkambi aje mu gihugu. Amakuru atangwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza Pierre NKURIKIYE amenyeshako uwo Habimana Shabani afise imyaka 16 kandi ava mu ntara ya Kirundo akaba yafatiwe muri zone Mugano,komine Giteranyi mu ntara ya Muyinga. Uwo muvugizi w’ubwo bushikiranganji avuga kandi ko inyuma yo kumubaza neza umwidondoro wiwe ,ivyo yavuze vyerekanye ko avuye mu nkambi ya Mtendeli aho yariko aronkera inyigisho za gisirikare. Pierre NKURIKIYE avuga ko ubu Habimana Shabani ari mu minwe y’igiporisi kijejwe amatohoza co mu ntara ya Muyinga kugira amatohoza yimbitse akorwe.
Bubanza – Mpanda :Abagizi ba nabi barashe ingoro y’umugambwe CNDD-FDD y’i Rugenge
Abagizi ba nabi baraye barashe ingoro y’umugambwe CNDD FDD muri komine Mpanda mu ntara ya Bubanza ahitwa i Rugenge aho amadirisha y’iyo nyubakwa yononokaye inyuma yo kuraswa amasasu. Amakuru atangwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza ,Pierre NKURIKIYE avuga ko abo bagizi ba nabi bari mu modoka yo mu bwoko bwa Dyna bakaba barashe amasasu incuro 30 igihe c’isaha zitanu n’inusu z’ijoro kw’ibarabara RN9. Ayo makuru avuga ko inyuma y’iminota mike amasasu ahejeje kumvikana iyo modoka yaciye igenda ifata inzira ija ahitwa kw’i Randa . Uwo muvugizi w’ubwo bushikiranganji abandanya avuga ko ata muntu yahasize ubuzima kandi amatohoza aza yatanguye kugira abo bagizi ba nabi bafatwe.
#Video Mairie –Kinanira 3 :Ikiziga c’umuntu ataramenyekana catowe
Ikiziga c’umuntu ataramenyekana uwariwe catowe mu gatondo kuruno wa mbere igenekerezo rya 10 Ruheshi umwaka wa 2019 muri Karitiye ya Kinanira ya 3 yo muri zone Musaga komine Muha mu gisagara ca Bujumbura. Abantu baba muriyo katiriye ya Kinanira ya 3 bavuga ko uwo muntu yarashe igihe c’isaha umunani z’ijoro buca ari kuruyu wa mbere ariko agerageza kwiba kw’ibarabara Higiro ryo muriyo karitiye nyene. Abo baba hafi aho uwo muntu yarasiwe, bavuga ko yarikumwe n’abandi bantu bariko bagerageza kwiba k’urugo inomero 116 rwo kuriryo barabara rya Higiro ,we acafatwa n’amasasu abandi nabo bariruka Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko uwo muntu yahitanywe n’amasasu y’abaporisi bariko bacungera umutekano mu gihe yariko agerageza kwurira k’urugo rw’umunyagihugu waho mu kinanira. Mu giporisi c’Uburundi babandanya bavuga ko abajejwe intwaro hamwe n’abajejwe umutekano w’abanyagihugu bakuye ico kiziga c’uwo muntu.
Cankuzo – Cendajuru :Uwagirizwa kwica umuntu yafashwe n’igiporisi
Igiporisi c’Uburundi gifashanije n’abajejwe intwaro bafashe uwitwa Bernard MUNYENGABIRE  yagirizwa kwica umuntu yitwa Gratien BUTOBUTO akoresheje ikigwanisho gicira umuriro ku musozi Rukoyoyo wo muri komine Cendajuru mu ntara ya Cankuzo. Amakuru atangwa ajanye n’iryo fatwa ry’uwo mugizi wa nabi, avuga ko Bernard MUNYENGABIRE ahejeje kwica uwo muntu yaciye ahungira mu gihugu ca Tanzaniya iyo naho nyene yishe umuntu amaze gushikayo afashanije n’umurwi w’abagizi ba nabi mur’ico gihugu. Bivugwako igiporisi c’igihugu ca Tanzaniya cakurikiranye uwo murwi w’abagizi ba nabi bose barafatwa kiretse uwo Bernard Munyengabire yaciye ahungira mu ntara ya Rutana mu gihe igiporisi ca Tanzaniya cariko kirabakurikirana. Haciye ikiringo kingana umwaka n’igice Gratien BUTOBUTO yishwe hakoreshejwe ikigwanisho gicira umuriro.
Igiporisi c’Uburundi cerekanye abantu 3 bari mu murwi wasahuye umugore wo mu Ruyigi
Igiporisi c’Uburundi cerekanye kuruno wa kabiri igenekerezo rya 4 Ruheshi umwaka wa 2019 ,abantu 3 bari mu murwi w’abantu 8 wategeye wongera wiba urukombamazi uwitwa Melanie NDUHIYE wo muri komine Gisuru mu ntara ya Ruyigi agiye mw’isoko mu gihugu ca Tanzaniya. Icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza Moise NKURUNZIZA amenyeshako abo bantu 3 bafashwe ari Jackson PFAGUTUNGA,Jackson NASORO hamwe n’uwitwa NTIRAMPEBA ,abandi 3 nabo bapfuye bariko barasana n’abajejwe umutekano ari Venant NYANDWI,Manasse NDAYISHIMIYE hamwe na Gerard NIYONZIMA. Moise NKURUNZIZA avuga ko uwo murwi w’abo basuma watwaye uwo Melanie NDUHIYE amashilingi angana ibihumbi 200 n’ibihumbi 6 vy’amatanzaniya, bakaba bafashwe inyuma yaho uwo mugore atabaje abajejwe umutekano bamaze gukorana nabo mu gihugu ca Tanzaniya baca babura aho bahungira baca bafatirwa muri komine Kinyinya bariko bagerageza guhunga. Ico cegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza aragabisha umuntu wese ashobora gufata ikigwanisho ku mvo zitandukanye kugira ahungabanye amahoro n’umutekano ko abajejwe umutekano bari maso kandi bazotuza iyo mirwi kugira abanyagihugu baronke amahoro n’umutekano.
Mwaro : Uwagirizwa kwiba ipikipiki yaciriwe gufungwa imyaka 3
Sentare nkuru y’igihugu y’intara ya Mwaro mu ntahe yayo y’ikibiriraho yo kw’igenekerezo rya 3 Ruheshi 2019,yaciriye igifungo c’imyaka 3  uwitwa NDAYISABA Léonidas yagirizwa icaha c’ubusuma bw’ipikipiki. Amakuru ajanye n’urwo rubanza rw’ikibiriraho avuga ko iruhande y’umunyororo NDAYISABA Léonidas yaciriwe yatangishijwe kandi n’indishi y’akababaro k’amafaranga angana ibihumbi 300 vy’amafaranga y’amarundi.
Ruyigi –Gisuru :Abasuma 2 bishwe abandi 2 barafatwa inyuma yo kurasana n’abajejwe umutekano
Abasuma 2 bishwe abandi babiri nabo barafatwa inyuma yaho bari bahejeje kwiba ku rugo rw’uwitwa  Imelde NDUHIYE wo muri komine Gisuru yo mu ntara ya Ruyigi bitwaje inkoho hamwe n’imipanga. Mu giporisi bavuga ko murico gikorwa c’ubwo busuma abo basuma uko ari 4 bari bitwaje inkoho yo mu bwoko bwa Kalachnikov yarizinze hamwe n’imipanga ishika kuri ine. Bivugwako,abaporisi  n’abasirikare bakwirikiye abo basuma inyuma yo kurasana 2 murabo basuma baricwa  bageze ahitwa Ruyeri ku musozi Kaburanjwira muri komine ya Kinyinya mu gihe abandi basuma 2 nabo bafashwe. Ayo makuru abandanya avuga kandi ko inkoho yo mu bwoko bwa Kalachnikov hamwe n’imipanga ishika kuri ine abo basuma bari bitwajwe navyo vyafashwe..
 Imigambi mibi yabo n’ubu irabandanya
Mu kiganiro c’umushikirizamanza kizigenza wa Repubulika NYANDWI Sylvestre ku banditsi n’abamenyesha makuru, yiyamiriza ibinyoma n’ibihuha bigenda birashikirizwa mu barundi no mu makungu kubijanye n’ingingo yo gufata amatungo y’abakurikiranwa muri dosiye y’abagirizwa kuja mu migumuko no kugerageza gutembagaza ubutegetsi vyabaye mu mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi na gatanu. Mu gutanga umuco ku vyatumye izo ngingo zifatwa yashikirije ibintu bibiri aho
1. Ubwa mbere yavuze kubijanye n’ingingo y’ubushikirizamanza aho imvo ya mbere yatumye hafatwa iyo ngingo ari ukugira amatungo y’abakurikiranwa kuba baragize uruhara mu migumuko no kugerageza gutembagaza inzego zatowe muri 2015 bahunze igihugu ntagume abandanya akoreshwa mu guhungabamya umutekano w’Igihugu cacu nkuko vyagenze 2015 kuko nk’uko bavyivugira, imigambi mibi yabo n’ubu irabandanya. Icakabiri naco n’ukugira ngo igihe co gushumbusha abononewe ivyabo, abakurikiranwa nibakubitwa intahe mu gahanga bazoronke indishi y’akababaro. Icanyuma n’uko iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo gukingira amatungo ya bamwe bamwe bahunze basize ameze nkayahebwe kandi ashobora kuba arafasha mw’iterambere ry’igihugu. 2. Ubwa kabiri naho ku ngingo yafashwe n’umukuru wa sentare Ntahinyuzwa avuga ko iyo ngingo ata mpari yategerezwa gutera mu gihe yafashwe mu ntumbero yo gushira mu ngiro urubanza rwaheze rwaciwe hisunzwe amategeko ubu rukaba rwarabaye ntabanduka. Ubwo rero bukaba Ari ubutungane ku bononewe ivyabo bategerezwa kuronswa indishi. Yongeye kandi avuga ko kw’izo ngingo zafashwe hari abariko bahuvya abantu mugushaka kuzigereranya n’izafashwe mu mwaka wa 1972 inyuma y’ubwicanyi bw’agahomerabunwa bwari buhejeje gukorwa. Akemeza neza ko ataho bisa bisana nivyo vy’ico gihe kuko abafashe ingingo ico gihe batafatiye k’urubanza rwigeze ruburanishwa aho haba n’amanyanga mugucurisha impapuro za magendo zivuga ko baguriye Leta kandi atari vyo. Ivyo bitandukanye nivy’ubu kuko ayo matungo ari mu minwe ya Leta, ikazoba irayakoresha ku neza rusangi kandi ko mu rubanza rugiye gushikirizwa sentare, uwuzokwera azosubizwa utwiwe. Yaboneyeho nakanya ko kubwira abegwa bose n’iyo ngingo ko bafise uburenganzira bwo kwunguruza kandi ko bahawe imisi cumi n’itanu yo gushikiriza ikibabakiye kur’iyo ngingo guhera kuri 31 rusama 2019. Mu gusozera yasavye abajejwe intwaro aho ibintu biraba n’izo ngingo biherereye ko atamuntu wundi ajejwe kuzishira mu ngiro atari uwuzoba afise uburenganzira yahawe n’umushikirizamanza Kizigenza wa Repubulika, umukuru wa Sentare Ntahinyuzwa hamwe n’umushikiranganji ajejwe ibikorwa vya Leta.
Mwaro –Nyabihanga : Abasuma 2 bishwe barashwe,uwundi arafatwa
Abasuma babiri bapfuye inyuma yaho barashwe n’abajejwe umutekano muri komine Nyabihanga mu ntara ya Mwaro bariko bagerageza kwiba mw’ijoro ryo kuruyu wa gatatu buca ari ku wa kane igenekerezo rya 2 Rusama 2019 igihe c’isaha zitandatu n’inusu z’ijoro. Amakuru dukesha ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza avuga ko ivyo vyabereye ku musozi Kirambi zone Kibungere muri komine Nyabihanga mu ntara ya Mwaro aho abasuma 5 bitwaje ibigwanisho bavuye mu ntara ya Gitega bagerageje kwiba uwitwa Salvator yarahejeje kugurisha inka. Ayo makuru avuga ko inyuma yuko kurasana hagati y’abajejwe umutekano hamwe n’abo basuma,abasuma babiri baciye bicwa mu gihe umukuru w’igiporisi co muriyo komine Anicet NDAYIKENGURUKIYE nawe yaciye ahitanwa n’amasasu aca arapfa. Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko amatohoza aza yatanguye.
Abagizi ba nabi 7 bashikirijwe igihugu c’urwanda
Abagizi ba nabi 7 bava mu gihugu c’Urwanda bashikirijwe igihugu c’Urwanda inyuma yaho kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante bafatiwe mu kibira ca Nyungwe kiri muri komine Mabayi mu ntara ya C’ibitoke. Umuvugizi w’ubushikiranganjni bw’umutekano no kugwanya ibiza Pierre NKURIKIYE amenyeshako abo bagizi ba nabi uko ari 7 bafatanywe kandi inkoho 5 hamwe n’icuma bakoresha mu guhanahana amakuru « Motorola »  vyose vyashikirijwe reta y’Urwanda. Pierre NKURIKIYE avuga ko abo bagizi ba nabi bari bamaze imisi bakorwako amatohoza imbere yuko bashikirizwa igihugu cabo kandi bashikirijwe hari abarorerezi bo mu karere k’ibiyaga binini hamwe n’umurwi wo guhinyuza w’ibiyaga binini CIRGL harihi kandi n’abo muri RDC,Afrika y’Epfo,Kenya hamwe nabo muri Centre Afrique. Uwo avugira ubwo bushikiranganji avuga ko abo bagizi ba nabi bakiriwe n’abategetsi b’igihugu c’Urwanda.
Bugarama –Magara :Uwagirizwa guturira umugore n’umwana ari mu minwe y’igiporisi
Umuntu yitwa André IRAMBONA yafashwe inyuma yaho aturiye umugore wiwe hamwe n’umwana wiwe ku mugoroba wo ku w’Imana buca ari kuruyu wa mbere igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2019  muri zone ya Magara komine Bugarama mu ntara ya Rumonge. Amakuru avuga ko uwo André IRAMBONA wo mu ntara ya Rumonge yakoresheje amata ashushe kugira aturire uwo mugore n’umwana biwe . Bivugwako uwo mugore hamwe n’uwo mwana ko baciye bajanwa ku bitaro vyo mu Kabezi mu ntara ya Bujumbura aho bariko baravurirwa mu gihe uwo mugabo nawe afungiwe mu giporisi caho  ku Magara.
Salvator MINANI : « kurekura abafungwa biciye mu kigongwe c’umukuru w’igihugu bigabanya ubwinshi bw’abafunzwe » 
Ishirahamwe AJEBU GENDERINGINGO (Action for Justice and Equity in Burundi) rimenyeshako igikorwa co kurekura abafungwa biciye mu kigongwe c’umukuru w’igihugu ahora atanga ku bafugnwa bamwe bamwe bifasha kugira ubwinshi bw’abafunzwe bagabanuke.
Mu kiganiro icegera c’uwurongoye ishirahamwe AJEBU GENDERINGINGO yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kabiri igenekerezo rya 23 Ndamukiza 2019,Salvator MINANI yavuze ko irekurwa ry’abanyororo bamwe bamwe bivuye ku kigongwe c’umukuru w’igihugu bifasha kugabanya ubwinshi bw’abanyororo bari mu mabohero atandukanye yo mu gihugu. Murico kiganiro ico cegera c’iryo shirahamwe camenyesheje ko abacamanza boza bararaba ibindi bihano vyokoreshwa mu guhana abakoze ivyaha kuko kenshi igikoreshwa ari gufunga gusa.
Bubanza – Gihanga :Igiporisi kivuga ko umuporisi umwe yakomerekejwe n’igisasu ntezwantoki
Igiporisi c’Uburundi kimenyeshako umuporisi 1 ariwe yakomerekejwe inyuma yaho igisasu ntezwantoki muri komine Gihanga intara ya Bubanza mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 22 Ndamukiza 2019 buca ari kw’igenekerezo rya 23 Ndamukiza 2019.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza Pierre NKURIKIYE avuga ko ico gisasu ntezwantoki catewe mw’ijoro igihe c’isaha zine n’iminota 20 kandi ikaba yatewe n’abantu bataramenyekana. Uwo avugira ubwo bushikiranganji avuga ko inyuma yaho ico gisasu gitewe haciye haraswa amasusu mu gice c’ishure ryisumbuye rya Gihanga kandi hakaba haragandaguwe umuntu yitwa Martin Manirampa yaheruka kurekurwa ku kigongwe c’umukuru w’igihugu. Pierre NKURIKIYE avuga ko gushika ubu igiporisi c’Uburundi kija catanguye gukora amatohoza ku bijanye n’ivyo vyabereye i Gihanga,uwo muporisi nawe yakomeretse ariko avurirwa ku bitaro vy’igiporisi c’Uburundi.
Mairie :Uwitwa Abdoul NKURUNZIZA yagirizwa kwiba yaciriwe umunyororo w’imyaka 5
Umuntu yitwa Abdoul NKURUNZIZA yaciriwe umunyororo w’imyaka 5 inyuma yo kwagirizwa n’icaha co kwiba iterefone ngendanwa ayikuye mu modoka.
Amakuru atangwa n’umuvugizi wa Sentare Ntahinyuzwa Agnes BANGIRICENGE amenyeshako uwo Abdoul NKURUNZIZA yivye iyo terefone ngendanwa iri mu modoka yari hafi y’ikigo gikoreramwo ubutungane « Palais de la Justice » kandi yaciwe n’ihadabu y’amafaranga y’amarundi angana ibihumbi miringo itanu. Ayo makuru avuga kandi ko uwo yagirizwa kwiba iyo terefone ngendanwa yagerageje kwiba n’iyo modoka akoresheje imfunguruzo zugurura imodoka za magendu.
Kubaka ishengero canke umusigiti mu gisagara ca Bujumbura vyabujijwe
Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati n’inyigisho zo gukundisha igihugu bumenyeshako kubaka ishengero canke umusigiti mu gisagara ca Bujumbura bibujijwe ariko abipfuza kuryubaka boja hagati mu gihugu bakongera bakubahiriza amategeko ajanye n’umwanya canke imetero zisabwa hagati y’ishengero n’iyindi. Mu rwandiko inomero 530/784 rwo kw’igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2019,umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE avuga ko ibibanza vyo gusengeramwo bitegerezwa kuba bimeze neza kandi ivyubatswe mu vyatsi bitegerezwa gusamburwa aho ukwezi kwa Ruheshi ari ntarengwa kurivyo bibanza vyubatswe mu vyatsi. Urwo rwandiko ruvuga ko bategerezwa kuba k’ubutaka bw’Uburundi kandi ata munyamahanga numwe yemerewe kuja mu rwego nyobozi rw’ishengero ku rwego rw’igihugu kandi batemerewe kuja mu nzego z’ishengero zifata ingingo. Pascal BARANDAGIYE aheraheza avuga kandi ko amashirahamwe yegereye amashengero atemerewe gutunganya amasengesho ariko abwirizwa kwitaho ibikorwa vy’iterambere hamwe no kubikorwa bishigikira amashengero.
Abakomiseri 5 bashasha b’umurwi CNIDH barahiye murayo mabanga
Abakomiseri batanu bagize umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH barahiye murayo mabanga kuruno wa kabiri igenekerezo rya 16 Ndamukiza 2019 imbere y’Umukuru w’igihugu n’imbere y’inama nshingamateka na nkenguzamateka y’Uburundi. Abo barahiye murayo mabanga uko ari batanu ni uwugiye kurongora uwo murwi Sixty Vigny NIMURABA,Consolate HABIMANA icegera ciwe,Anatole BACANAMWO agiye kuba umunyamabanga w’uwo murwi,Jacques NSHIMIRIMANA hamwe na Janviere HATUNGIMANA bari mu bagize uwo murwi. Mu kurahira abo bakomiseri bavuga ko bagiye bagiye kuzorangura amabanga bashizwe mu bwigenga ataho bahengamiye kandi bakazokwitwararika gukomeza hamwe no gukinga agateka ka zina muntu. Ivyo birori vyitabwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu,icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu,abasirikare bakuru bakuru ,abaporisi bakuru bakuru hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo hano mu Burundi.
Amasaka suzumwa 4321 niyo yakozwe mu mezi 3 aheze n’ ubushikiranganji bw’umutekano
Ubushikiranganji bujejwe umutekano hamwe no kugwanya ibiza bumenyeshako mu mezi atatu aheze hakozwe amasaka suzumwa 4321 mu gihugu cose muriyo hakaba harafashwe abagizi ba nabi hamwe n’ibikoresho bitandukanye vyakoreshwa nabo.
Mu kiganiro umushikiranganji w’umutekano hamwe no kugwanya ibiza yahaye abamenyeshamakuru ariko ashikiriza ivyaranguwe mu mezi atatu aheze,CPC Alain Guillaume BUNYONI yavuze ko mu mezi 3 aheze abagizi ba nabi bashika 1781 bashoboye gufatwa,imirwi 54 y’abagizi ba nabi nayo irasamburwa. CPC Alain Guillaume BUNYONI avuga ko ibigwanisho vyafashwe murayo mezi atatu ari inkoho 13 zo mu bwoko bwa Kalachnikov ,inkoho 6 za pistolets ,inkoho imwe ya simonov,inkoho imwe ya Mugobore,ibisasu ntezwantoke 81,ibikono vy’amasasu 22 hamwe n’amasasu 2901. Uwo mushikiranganji avuga kandi ko murico kiringo amaritiro 314 143 n’ibice 5 y’inzoga zitemewe n’amategeko zafashwe zongere ziraseswa  kandi hafashwe n’ibiro 107 vy’umumogi,udutu 5834 tw’urumogi hamwe n’uduti  115 duteye vy’urumogi arivyo vyafashwe.
Mairie – Rohero : Abantu 2 bagirizwa kwiba umuhindi bafashwe
Igiporisi c’Uburundi kimenyeshako cafashe abantu 2 bagirizwa kwiba amafaranga angana ibihumbi 20 vy’amadorare y’abanyamerika hamwe n’umuriyoni w’amarundi mw’ihirahamwe ry’abahindi ryitwa « Millenium Info Sys » rikorera muri zone ya Rohero muri karitiye ya Aziyatike.
Umuvugizi w’Ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza Pierre NKURIKIYE amenyeshako abo bantu uko ari 2 bafashwe ari uwitwa Thierry NTAHOKAGIYE hamwe n’uwitwa Gepes MUKURISHAKA umwe akaba yafatiwe i Bugarama mu ntara ya Muramvya ariko aja mu ntara ya Gitega uwundi nawe afatirwa i Gitega. Pierre NKURIKIYE avuga ko igice cayo mafaranga yibwe amaze kuboneka ayasigaye nayo bariko barabaza abo bafashwe kugira bashobore kuvuga iyo ari.
Makamba-Mugina : Abantu 662 bakiriwe bahungutse
Abantu bangana 662 nibo bakiriwe bahungutse ahitwa ku Mugina ku rubibe Uburundi buhana n’igihugu ca Tanzaniya bavuye mu nkambi za Nduta na Mtendeli zo mu gihugu ca Tanzaniya nkuko bishikirizwa n’ubushikiranganji bujejwe umutekano hamwe no kugwanya ibiza. Ayo makuru avuga ko abo bahungutse bagizwe n’imiryango 200 kandi binjiriye kururwo rubibe nyene mu ntara ya Mkamba. Bivugwako abo bahungutse bose uko ari 622 bose  bava mu ntara ya Makamba.
Igiporisi c’Uburundi cafashe umuntu afise ibiyayuramutwe
Umumtu yitwa Janvier Désiré Ndisabiye yarafashwe n’igiporisi c’Uburundi kw’igenekerezo rya 7 ukwezi kwa kane uwu mwaka wa 2019 afatanywe ibiyayurmutwe vyo mu bwoko bwa Cocaine ku kibuga c’indege ca Bujumbura. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza Pierre NKURIKIYE avuga ko uwo yafatanywe ivyo biyayuramutwe yafatiwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura, afise ibiro bishika indwi vy’ibiyayuramutwe vyo mu bwoko bwa Cocaine. Uwo avugira ubwo bushikiranganji avuga kandi ko uwo Janvier Désiré Ndisabiye avuka muri karitiye ya kabiri yo muri zone Ngagara mu gisagara ca Bujumbura kandi asanzwe afise ubwenegihugu bwo mu gihugu c’Ububirigi. Pierre NKURIKIYE aheraheza avuga ko ubu uwo Janvier Désiré Ndisabiye agiye gushikirizwa ubutungane.

uwo akWiye gufungWa yarenze amategeko akwiye gufugwa icombona,nibaman Bamwambur,ubwobwenegihu,bwuburundi kk yashimyekub umubrigi.Hanyum,bmucir uwoguheryo.
Ubushikiranganji bw’ubutungane buvuga ko uwufashwe ata mutahe aba ariko arahohoterwa
Umushikiranganji w’ubutungane Aimée Laurentine KANYANA amenyesha ko ata muntu ashobora gufatwa mu gihe ata mutahe aba yaronkejwe uvyerekana bishitse agafatwa uwo mutahe atawuriho aba ariko arahohoterwa.
Ivyo yabishikirije imbere y’inama nshingamateka aho yari umutumire wayo,aho yashikirije kandi ko ubushikiranganji arongoye bariko bararaba uko boza baraha amafaranga abacamanza bo mu masentare y’intango baba bagiye gukorera kure y’amakomine. Kubijanye n’abantu bipfuza kwiga igisata c’amategeko mu mashure ya kaminuza,uwo mushikiranganji w’ubutungane yavuze ko abarondera ubumenyi kugira bazobe abacamanza ivyo bidakwiye ahubwo igikuru aruko umucamanza w’ukuri asabwa kuba afise akarangamutima kavyo. Aimée Laurentine KANYANA yavuze ko bagiye gusaba reta kugira abazoshaka kwinjira gukwirikirana igisata c’amategeko bomanza gukora ikibazo nkuko bigenda ku bashaka kwinjira mu gisata c’ubuganga ”medicine”.

Makamba -Mugina : Abantu 744 bakiriwe bahungutse
Abantu bangana 744 nibo bakiriwe bahungutse ahitwa ku Mugina ku rubibe Uburundi buhana n’igihugu ca Tanzaniya bavuye mu nkambi ya Nyaruguru muri Tanzaniya nkuko tubishikirizwa n’ubushikiranganji bujejwe umutekano hamwe no kugwanya ibiza.
Ayo makuru avuga ko abo bahungutse bagizwe n’imiryango 152 nayo ikaba igizwe n’abagabo 329 hamwe n’abagore bangana 415. Bivugwako abo bahungutse bose uko ari 744 bamwe bava mu ntara ya Rumonge abandi nabo bakaba bava mu ntara ya Makamba hamwe nabo mu ntara ya Bururi.
Abanyeshure bicapako “tatouage” bagiye guhanwa
Ubushikiranganji bujejwe indero hamwe n’inyigisho z’imyuga bumenyeshako umunyeshure yihindura urukoba biciye mu kwisiga canke mu bundi buryo bihanwa hamanje guhamagarwa umuvyeyi kandi ikibabaje aruko hari ibindi vyadutse vyo kwicapako ibintu bitandukanye vyitwa”tatouage”. Mw’itangazo inomero Ref/620/CAB/014/2019 , umushikiranganji w’indero hamwe n’inyigisho z’imyuga yateyeko umukono ,Janviere NDIRAHISHA avuga ko amategeko agenga indero ku mashure ariho kugira yubahirize umutekano hamwe no kubahiriza indero runtu mu mashure. Iryo tangazo rivuga ko abavyeyi n’abarezi uruhara rwabo mu vy’indero ari ukwitwararika cane indero nziza y’urwaruka arico gituma umunyeshure azofatwa yarenze kurizo mpanuro mu kwicapako ibintu bitandukanye ata kibanza bafise mu mashure yose yaba ya reta canke aya bigenga mu Burundi.
Abataritura umurwi CNTB bahawe ikiringo ntabanduka c’imyaka 2 
Umurwi ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB (Commission Nationale des Terres et autres biens) umenyeshako abateshejwe ivyabo n’intambara bataritura uwo murwi bafise ikiringo c’imyaka 2 yonyene kugire bawiture. Mu kiganiro umuvugizi w’umurwi CNTB yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatanu igenekerezo rya 5 Ndamukiza umwaka wa 2019,Dieudonne MBONIMPA avuga ko umuntu azorenganwa n’ikiringo c’imyaka 2 catanzwe ibirego vyabo bizoca bishikirizwa sentare zisanzwe kuko umurwi CNTB utazoba ukizakira. Mu gihe mu ntara za Rumonge na Makamba arizo zirangwamwo amatati menshi gusumba ahandi ,Dieudonne MBONIMPA avuga yuko ku ma genekerezo ya 24 gushika kw’igenekerezo rya 29 Ntwarante 2019 uwo murwi wagiye gukorera murizo ntara mu gikorwa co kumviriza bene amatati hamwe no gushikiriza ingingo zafashwe zitari bwashirwe mu ngiro. Umurwi ujejwe gutatura amatati y’amatungo n’ayandi matungo CNTB washinzwe mu mwaka wa 2006 gushika ubu ukaba umaze kwakira amatati ibihumbi 60 muriyo ibihumbi 35 vyayo akaba yaramaze gutaturwa mu gihe amatati ibihumbi 25 ariyo atarahera. Ubu ibwirizwa rishasha rigenga umurwi CNTB riwuha ikiringo c’imyaka 3 mu gihe ibwirizwa rya kera ryashingako ikiringo c’uwo murwi ari imyaka 5 ishobora kwongerwa.
CAF yaciye ihadabu ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB
Ishirahamwe rijejwe umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika CAF  ryaciye ihadabu ry’amadorare ibihumbi 10 ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB kubera ritubahirije amategeko ya CAF k’urukino rwahuje Uburundi n’igihugu ca Gabon. Mu rwandiko umunyamabanga mukuru wa CAF Amry Fahmy yandikiye umunyamabanga mukuru wa FFB Jeremie MANIRAKIZA ,ruvuga ko imboneshakure RTNB yerekanye urwo rukino biciye kuri satellite mu buhinga bwa Star time hamwe n’amasanamu ya Canal+INTL itahawe uruhusha n’ishirahamwe CAF. Uwo munyamabanga mukuru wa CAF avuga ko kubera ivyo vyakozwe FFB iciye ihadabu y’ibihumbi 10 vy’amadorare y’abanyamerika. Amr Fahmy asaba ishirahamwe FFB kuzokubahiriza izindi nkino zizokwirikira kugira ntihagire ibindi bihano bizokurikira.
Abazungu babiri bariko bagerageza kwinjiza ibiyayuramutwe mu Burundi bafashwe
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza Petero Nkurikiye amenyesha ko ibiro 3 vy’ibiyayuramutwe vyo mu bwoko bwa Héroïnes arivyo vyafatanywe abanyamahanga 2 ku kibuga c’indege ca Bujumbura bariko bagerageza kuvyinjiza mu Burundi. Pierre NKURIKIYE avuga ko umwe murabo banyamahanga yafatanywe ivyo biyayuramutwe ari Gilberto Fabio aturuka  mu gihugu ca Brésil ,akaba yarabivanye muri Brésil abizanye mu Burundi kugira abihereze abarundi basanzwe bakorana aribo  Juma Nahimana hamwe na Radjabu Ndayisenga. Uwo avugira ubushikiranganji bw’umutekano avuga ko yaba  Juma Nahimana hamwe na Radjabu NDAYIENGA bose bafashwe bari mu minwe y’igiporisi kandi n’imodoka Juma NAHIMANA  yari yahawe kugira agende gutegera uwo yaravuye muri Bresil nayo nyene yafashwe mu gihe yariko aja ku kibuga c’indege kumutora. Pierre NKURIKIYE abandanya avuga ko uwundi munyamahanga agira kabiri ariwe  Maris Akmes ava mu gihugu ca Lettonie yafashwe inyuma y’umunsi umwe abandi bafashwe akaba yari yahawe igikorwa c’ukwakira ivyo biyayuramutwe vyafashwe, kugira abijane ahandi hantu. Uwo avugira ubushikiranganji bw’umutekano avuga kandi ko  ivyo biyayura mutwe vyari vyanyegejwe ku buryo budasanzwe kandi ivyo biro bitatu bafatanywe bifise agaciro k’amafaranga y’amanyaburaya ashika ibihumbi 360. Pierre NKURIKIYE atera akamo abarundi kutaza barahendwa n’urukoba rw’umuntu aje aho benshi bibaza ngo n’umugiraneza kandi ari  inkozi y’ikibi.
Bujumbura –Nyabiraba :Abigeme babujijwe gutembera inyuma y’isaha cumi na zibiri z’umugoroba
Ubuyobozi bujejwe intwaro muri komine ya Nyabiraba mu ntara ya Bujumbura (Rural ) bwafashe ingingo ko ata mwana w’umukobwa muriyo komine azosubira kubonekana mu mayira inyuma y’isaha cumi na zibiri z’umugoroba.
Mw’itangazo rimenyesha ibijanye n’iyo ngingo ryateweko umukono na musitanteri wa komine Nyabiraba kw’igenekerezo rya 25 Ntwarante 2019,Ferdinand SIMBANANIYE avuga ko hashitse igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba ata mukobwa n’umwe arekuriwe kuboneka mw’ibarabara. Ferdinand SIMBANANIYE avuga kandi ko abakeneye kwandikisha ubugeni muriyo komine bazotegerezwa gutanga impapuro bahawe n’abajejwe intwaro ku mitumba bavukako.
Ishirahamwe NTABARIZA -SPDF risaba kw’ingingo yo kurekura abanyororo ija mu ngiro vuba
Ishirahamwe ryitaho agateka k’abanyororo n’imiryango yabo NTABARIZA -SPDF risaba ko ingingo yafashwe yo kurekura abanyororo bamwe bamwe mu kigongwe c’umukuru w’igihugu yoja mu ngiro. Mu kiganiro uwuserukira iryo shirahamwe yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kane igenekerezo rya 3 Nzero umwaka wa 2019, Jean Marie NSHIMIRIMANA yamenyesheje ko ishirahamwe aserukira rizofasha  mu kiringo c’amezi 6 mu gikorwa co gusubiza iwabo abanyororo bazoba barekuwe muvyo bazobafasha hakaba harimwo kubaba amafaranga azobashikana mu mihana yabo Jean Marie NSHIMIRIMANA yavuze ko mw’ishirahamwe ryabo bashima iyo ngingo yafashwe na Reta y’Uburundi yo kurekura abanyororo bamwe bamwe kandi abazoba barekuwe bazobashigikira nka kurya abahungutse bafashwa kugira bashobore kwisuganya mu buzima bwabo. Uwo aserukira iryo shirahamwe asaba ubushikiranganji bw’ubutungane gufasha vuba bimwe biboneka   kugira abanyororo batezuriwe bashobore kurekurwa gutyo babone kwidegemvya
Umuntu yagirizwa kudandaza abantu muri Qatar yafashwe
Igiporisi c’Uburundi cafashe congera kirerekana kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 19 Kigarama 2018,umuntu yitwa Haruna NZISABIRA yagirizwa icaha co kudandaza abantu abatwara mu gihugu ca Qatar hamwe no kwiba akoresheje uruyeri. Icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza Moise NKURUNZIZA amenyeshako igiporisi c’Uburundi catabajwe ko hari umuntu yitwa Haruna NZISABIRA aje ava mu gihugu ca Qatar yivye bagenzi we barikumwe murico gihugu ariho yaciye afatirwa ku kibuga c’indege ca Bujumbura. Moise NKURUNZIZA avuga ko uyo  Haruna NZISABIRA yafashanyije na mushikiwe yitwa Zuwena HAMISSI asanzwe afise agence de  Voyage yitwa Brus car Travel Agency iri mu gisagara ca Bujumbura, bagerageje kwiba bakoresheje uruyeri abantu batari  bake aho babasaba kuriha urupapuro rw’inzira ruha uburenganzira umuntu kwinjira mu kindi gihugu « Visa »  yo kuja muri Qatar aho babemeza ko bashika baronswa akazi bagatanga amadorare ari hagati 1200 ni 1800 y’abanyamerika mu gihe  Visa isanzwe yico gihugu y’amezi atatu igurwa amadorare y’abanyamerika 400. Ico cegera c’umuvugizi w’ubwo bushikiranganji avuga ko abo bantu 93 bashitseyo begeranijwe nuwo Haruna  arabaronderera akazi bakora ariko ntibakoze ico bagiye basaba kuko harimwo abasavye akazi ko gutwaza imodoka  ariko bashitseyo bagakora akandi kazi nko gusiga amarangi . Moise NKURUNZIZA avuga ko bamaze gukora akazi batahembwe ariho baciye bitwarira uwo Haruna Nzisabira kuko ariwe yasinye ku masezerano y’akazi kw’izina ry’abo bantu bose igiporisi kimaze kumuhagarika caciye kimurekura ariho yaciye afata urugendo agaruka mu Burundi. Abantu bangana  49 nibo bamaze kwitwarira uwo Haruna  muribo 5 bakaba bari k’ubutaka bw’Uburundi aho basaba amadorare y’abanyamerika angana ibihumbi 79 n’amadorare 50 badashizemwo  ivy’ama visa bagiye bakwa amafaranga arenze ayo igurwa. Moise NKURUNZIZA atera akamo  abantu bose kwirinda abaza kubahenda babwira ko babajana mu bindi bihugu kubaronderera akazi ahubwo bafise amakuru y’umuntu abesha ko atanga akazi ngaha canke hariya bobimenyesha abajejwe umutekano kugira afatwe.
ATRABU : hagiye kujaho ishure rizokarihiriza ubumenyi abashoferi
Umuvugizi akaba n’umunyamabanga w’ishirahamwe ry’abatwara abantu n’ibintu ATRABU,Charles NTIRAMPEBA amenyeshako hagiye gushingwa ishure ryigisha abashoferi batwara abantu n’ibintu mu ntumbero yo kubakarihiriza ubumenyi. Ivyo yabishikirije mu nama yatunganijwe kuruno wa kane igenekerezo rya 25 Gitugutu 2018 yahuje abagendesha imiduga itwara abantu n’ibintu hamwe n’ishirahamwe ATRABU Kubijanye n’imirongo y’abantu biyunguruza ikunze kwibonekeza mu gisagara ca Bujumbura,Charles NTIRAMPEBA avuga ko bagiye kuzofata imiduga bayishire ku mirongo bisunze igitigiri c’abantu baba muri karitiye runaka.
Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yatanze inyigisho zo gukundisha igihugu ku bamenyeshamakuru
Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yatanze inyigisho zo gukundisha igihugu ku bamenyeshamakuru kuruno wa kabiri igenekerezo rya 30 Gitugutu umwaka wa 2018 mu ntara ya Muramvya. Murizo nyigisho zo gukundisha igihugu,umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yasavye abamenyeshamakuru gukoresha ubwenge mu mwuga wabo hamwe no gushikiriza ivyubaka igihugu mu kugiteza imbere. Iruhande y’abamenyeshamakuru izo nyigisho zitabwe kandi n’abavugizi b’inzego zose z’igihugu hamwe nabo mu kigo kijejwe gucungera uko ibimenyeshamakuru bikora mu gihugu c’Uburundi CNC(CONSEIL National de la Communication).
Intonde zabiyandikishije kwinjira mu giporisi zashizwe ahabona
Ubushikiranganji bw’umutekano,gukinga no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe bumenyeshako abiyandikishije kwinjira mu giporisi c’uburundi boja kuraba intonde z’abiyandikishije kuva kw’igenekerezo rya 30 Gitugutu 2018 gushika kw’igenekerezo rya 1 Munyonyo 2018 kuva isaha imwe n’inusu zo mu gitondo gushika isaha cumi n’imwe n’inusu z’umugoroba ku mirwa mikuru y’intara bavukamwo. Umushikiranganji w’umutekano,gukinga no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe CPC Alain Guillaume BUNYONI avuga ko abemerewe gukora ibibazo bitegekanijwe bizokorwa kw’igenekerezo rya 6 gushika 10 Munyonyo 2018 ku mirwa mikuru y’intara bavukamwo kandi biyandikishijemwo . Uwo mushikirangaji asaba abazoja gukora ico kibazo kwibangikanya ikarata karangamuntu yabo hamwe n’agapapuro bahawe igihe biyandikisha. CPC Alain Guillaume BUNYONI asaba abajejwe intwaro gufasha kugira mu biyandikishije ntihabemwo ababesha ku bibaranga,abavyeyi n’abajejwe indero nabo mu mashure abasaba gufasha ntihagire abana bari mu mashure kudata ivyigwa ngo bagiye kwinjira igiporisi. Uwo mushikiranganji aheraheza avuga ko abatemerewe gukora ibibazo kubera badakwije ibisabwa bazosubizwa amadosiye yabo.
Mutimbuzi : Abantu 5 bagirizwa urupfu rw’abaporisi bafashwe
Abantu 5 nibo bafashwe ku musozi Mutara muri zone Maramvya komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura igihe bagirijwe kugira uruhara mw’iraswa ry’abaporisi 2 bariko bagerageza gutabara umugore yarahejeje kumenyesha ko hari umuntu anyurujwe. Ayo makuru avuga ko abo baporisi barashwe bongera barapfa ari Jean SIMBAGOYE hamwe na Leonard NSHIMIRIMANA bakaba bishwe n’umusuma yari yitwaje inkoho yo mu bwoko bwa Kalachnikov inyuma yo kubica aca atwarana inkoho zibiri zabo. Bivugwako murabo 5 bafashwe harimwo uwo mugore yatabaje avuga ko hari umuntu anyurujwe hamwe n’uwo mugabo vyavugwa ko yanyurujwe.
Prosper NTAHOGWAMIYE :« Ivyatuma umurwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi uguma mu gihugu ntibikiriho. »
Umuvugizi wa Reta y’Uburundi Prosper NTAHOGWAMIYE amenyeshako umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi ata kamaro ko ubandanya ibikorwa vyawo mu gihugu c’Uburundi kuko ivyatuma uwo murwi uri mu gihugu bitakiriho. Mu kiganiro abavugizi b’inzego z’igihugu c’Uburundi bahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatanu igenekerezo rya 15 Ntwarante 2019, Prosper NTAHOGWAMIYE yavuze ko ubu igihugu c’Uburundi citunganije gifise inzego hamwe n’ibisata bikwiye bijejwe guhagararira hamwe no gukwirikirana ibijanye n’agateka ka zina muntu atacotuma uwo murwi ubandanya uri mu gihugu. Prosper NTAHOGWAMIYE avuga kandi ko igihugu c’Uburundi gifise abagiserukira haba mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kandi bari ku kivi ndetse igihugu kizobandanya gikwirikirana ivy’agateka ka zina muntu
Mairie-Gasekebuye :Ibikoresho vya gisirikare bitandukanye vyafashwe
Ibikoresho vya gisirikare bitandukanye nivyo vyafashwe kw’ibabara ryitiriwe umwami Ntare Rushatsi inomero 4 muri karitiye ya  Gasekebuye mu gisagara ca Bujumbura mu gikorwa co gusaka cakozwe n’abajejwe umutekano. Amakuru dukesha ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza avuga ko bimwe murivyo bikoresho vyafashwe ari inkoho yo mu bwoko bwa KV hamwe na pisitore yo mu bwoko bwa makarov,ibikono 3 vy’amasusu,ipantaro 10 hamwe n’imipira 11 ya gisirikare,inkofera 4 za gisirikare, hamwe n’isakoshi ya gisirikare. Ayo makuru avuga ko ivyo bikoresho babisanze k’urugo rw’uwahoze ari intwazangabo y’ipete ya Colonel yitwa Dieudonne DUSHIMAGIZE asanzwe afunzwe. Bivugwa kandi ko iruhande y’ivyo bikoresho vya gisirikare vyafashwe hari abantu bashika 10 bafashwe batari banditswe mu dukaye tw’imiryango muriyo karitiye nyene abajejwe intwaro bakaba baciye bafata ico kibazo mu maboko.
Igiporisi cerekanye abantu 2 bibisha urwenge
Igiporisi c’Uburundi cerekanye kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 12 Ntwarante 2019,abantu babiri bagirizwa kwiba abanyagihugu  bakoresheje amayeri babicishije ku materefone mu gukoresha ubuhinga ngurukana bumenyi bwa none .
Umuvugizi w’ubushikirangnji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza Pierre NKURIKIYE avuga ko abo bagabo babiri ari Gerard BURAGENDANWA hamwe na Erisha Nziza NGABO bakaba bafashwe kw’igenekerezo rya 4 Ruhuhuma 2019 bariko bagerageza kwiba umuntu yitwa Jean Claude BIKORIMANA yari yavuye  muri Malawi inyuma yo kumuhenda ko bokorana urudandazwa rw’inzahabu babanje kwiyitirira izina ry’umukuru w’umugambwe CNDD FDD. Pierre NKURIKIYE avuga ko uwo yaravuye muri Malawi amaze kubona  ko abo bantu bibisha urwenge yaciye abimenyesha abajejwe umutekano babona gufatwa muriyo nzira. Uwo avugira ubwo bushikiranganji atera akamo abantu bose kumenya ko abantu biba bakoresheje imbuga ngurukana bumenyi bakiha amazina canke bagakoresha amafoto y’indongozi zimwe zimwe z’igihugu ari abasuma kuko abarongozi b’igihugu bafise ico bashaka gukora babicisha mu nzira zizwi n’amategeko. Pierre NKURIKIYE avuga kw’amatohoza yimbitse agiye kubandanya akorwa  kurabo bantu bose biba baciye murizo nzira kugira bazofatwe.
Ntamuporisi yemerewe kwinjira  mu bunywero yambaye umwambaro w’igiporisi
Ubugenduzi  bukuru bw’igiporisi c’igihugu c’Uburundi (Inspection generale de la police) bwafashe ingingo zibuza abaporisi kugendana ibisasu ntwenzantoki(Grenade) kandi ko ivyo bisasu bitegerezwa kuba biri mu bubiko aho bitegekanywa ko uwuzobirengako azofatwa nk’inkozi y’ikibi. Mu rwandiko inomero 215.01/295 IGPNB/2019 rujanye n’ingingo z’umutekano umugenduzi mukuru w’igiporisi yandikiye abayobozi batandukanye b’igiporisi c’Uburundi avuga ko abajejwe igiporisi babwirizwa kugenzura yuko inkoho zifatirwa mu bikorwa vy’amasaka suzuma  zishikanwa mu bubiko bwabigenewe, bibujijwe ko umuporisi agiye mu karuhuko agenda atwaye  inkoho yiwe kandi ubu akaba ata muporisi yemerewe kwinjira  mu bunywero yambaye umwambaro w’igiporisi canke afise inkoho. Ivyo bibaye inyuma yaho ku musi wa gatandatu  hari umuporisi yashwanye nabo barikumwe mu bunywero aca arabarasa bane baraho barapfa abandi 4 nabo barakomereka.

niba mudashoboye gukuraho igiturire mu giporisi nimutegeke amahera Maximum atangwa nk’igiturire Nukur Iy Ngngo Ifashwe Hagez Mughe Hashbora Kub Har Umupolis Ashbra Kwgenz Kubenegihugu Ngo Nuk Afise Ikigwanish Birateye isoni kumabarabara hose twebwe abatwara imiduga turagowe kuko igihe cose twakwa amahera ngo impapuro ntizikwiye ngo iki niki kirabuze Route Bugarama Ngozi hoho birateye ubwoba. Dusigaye turi muri Kongo.Irihe tolerance Zero. Birateye ubwoba. twosaba nabapolisi
bakorera kuri aeroport de  Bujumbura ko bogabanya gusaba ibiturire
bararengeje
barigenza ngo umuntu yarengenje i biro vyingala
batigera bavuga ibiro umuntu adashobora kurenza
bishobotse bobahindura bose
baze baragira rotation
bareke kumenyerana na basohoka
ntakundi ibiturire bizogabanuka mu Burundi
murakoze
Makamba-Mugina :Abantu 598 bakiriwe bahungutse
Abantu bangana 598 nibo bakiriwe bahungutse ahitwa ku Mugina ku rubibe Uburundi buhana n’igihugu ca Tanzaniya nkuko tubishikirizwa n’ubushikiranganji bujejwe umutekano.hamwe no kugwanya ibiza. Ayo makuru avuga ko abo bahungutse bazanywe n’imiduga ishika 9 kandi  bashikanywe bose bakaba bagizwe n’imiryango ingana 186. Bivugwako abo bahungutse bose uko ari 598 bava mu ntara ya Rumonge abandi nabo bakaba bava mu ntara ya Makamba.
Muyinga –Gasorwe :Abantu babiri bakomeretse mw’isanganya ry’imodoka 
Abantu babiri nibo bakomeretse kuruno wa kane igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2019 inyuma yaho imodoka yo mu bwoko bwa Rumoroke yatemvye ihejeje guhusha inzira igeze ahitwa Rukinzo muri komine Gasorwe mu ntara ya Muyinga.
Amakuru atangwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza Pierre NKURIKIYE amenyeshako iyo modoka ya rumoroke ihejeje gutemba yaciye ifatwa n’umuriro irasha irononekara cane. Ayo makuru avuga ko ibintu bimwe vyari muriyo modoka bitononekaye bicungerewe n’abajejwe umutekano kugira ntihagire ababisahura. Bivugwako abo bantu babiri bakomeretse harimwo uwariko agendesha iyo modoka batwawe ku bitaro vyo mu ntara ya Ngozi aho bariko baravurirwa.
Mairie:Abanyeshure 25 ba kaminuza Ntare Rugamba bafashwe
Abanyeshure 25 bo kw’ishure rya Kaminuza ryitiriwe umwami Ntare Rugamba bafashwe n’abajejwe umutekano inyuma yaho bateye umutekano muke muriyo kaminuza basaba ko amashure yabo boyahereza mu mwaka wa 3 w’inyigisho nshasha BMD.
Amakuru avuga ko abo banyeshure uko ari 25 basanzwe biga mu gisata c’ubuhinga Genie Civile basavye ko bohereza mu ndinganizo nshasha y’imyaka 3 BMD mu gihe aho batangura kwiga muriyo kaminuza bari mu ndinganizo yakera LMD y’imyaka 4. Bivugwa ko inyuma yaho abajejwe umutekano bagerageje kubumvikanisha n’ishure ryabo bikanka abo banyeshure baciye babuza abari bafise ikibazo kugikora ariko abajejwe umutekano baciye babafata. Ayo makuru abandanya avuga ko abo banyeshure bari muri komisariya y’igiporisi ahitwa BSR ,amatohoza kubijanye navyo akaba yatanguye.
Makamba-Mugina :Abantu 292 bakiriwe bahungutse
Abantu bangana 292 nibo bakiriwe bahungutse ahitwa ku Mugina ku rubibe Uburundi buhana n’igihugu ca Tanzaniya nkuko tubishikirizwa n’ubushikiranganji bujejwe umutekano. Ayo makuru avuga ko abo bahungutse baje mu miduga minini ishika 5 bose bakaba bagizwe n’imiryango ingana 84. Bivugwako abo bahungutse bose uko ari 292 bamwe muribo arabo mu ntara ya Rumonge abandi nabo bakava mu ntara ya Makamba.
Abakomiseri 5 bashasha b’umurwi CNIDH bemejwe n’inama nshingamateka
Inama nshingamateka yemeje kuruno wa kabiri igenekerezo rya 26 Ruhuhuma 2019 abakomiseri 5 bagiye kuja mu murwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH muribo bakaba bagizwe n’abahutu 3 hamwe n’abatutsi 2. Bamwe murabo batowe ni  Anatole BACANAMWO hamwe na  Jacques NSHIMIRIMANA bava mu ntara ya Gitega, Sixte Vigny NIMURABA  wo ntura ya Karusi , consolatte HABIMANA wo mu ntara ya Karusi nyene hamwe na Janvière HATUNGIMANA wo mu ntara ya Ngozi. Abo batowe bagizwe n’abagabo batatu hamwe n’abagore babiri uwatowe ngo arongore uwo murwi CNIDH akaba ari Sixte Vigny NIMURABA akaba asubiriye Jean Baptiste BARIBONEKEZA mu gihe uwugiye kuba icegera ciwe akaba ari Habimana consolate.
Bubanza-Mpanda : Igisasu ntwezwantoki catewe
Igisasu ntezwantoki catewe kuri komisariya y’igiporisi ku musozi wa Rugenge zone Butanuka muri komine Mpanda mu  ntara ya Bubanza inyuma yaho abajejwe umutekano bariko binziza abagirizwa kugira uruhara ku muntu atunze inkoho atabirekuriwe n’amategeko. Ayo makuru avuga ko igihe igiporisi cariko gikurikirana abantu 2 bagirizwa kugira uruhara n’umuntu bivugwako atunze inkoho,bamaze gufatwa bariko binjizwa mu gasho k’igiporisi kaho muriyo micungararo igisasu ntezwantoki caciye giterwa muriyo nzu. Ayo makuru abandanya avuga KO inyuma yico gisasu ntezwantoki ataco cononye kandi abafashwe murabo ari Celestin NSAVYIMANA,Alexis MPAWENIMANA,amatohoza aza yatanguye.

Rumonge :Abantu 4 bagirizwa gukoresha ibintazi baciriwe urubanza
Sentare nkuru y’igihugu y’intara ya Rumonge yaciriye mu rubanza rw’ikibiriraho rwo kuruno wa gatanu igenekerezo rya 22 Ruhuhma 2019 umunyororo uri hagati y’imyaka 2 hamwe n’umunyororo wo guherayo abantu 4 bagirizwa gukoresha ibintazi.
Abo bantu uko ari 4 bagirizwa gukoresha ibintazi bakatiwe ico gihano inyuma yaho ivyo bagirijwe gukoresha bihitanye ubuzima bw’abantu ku mutumba Mugara muri komine Rumonge mu ntara ya Rumonge. Uwundi muntu umwe agira gatanu ari mu bagirizwa mururwo rubanza yambistwe izera n’iyo sentare.
Ubushikiranganji bw’umutekano buragabisha abunguruza abantu bakoresheje amakinga n’amapikipiki
Ubushikiranganji bw’umutekano,gukingira no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe bumenyeshako bugabisha abunguruza abantu n’ibintu ku makinga no ku mapikipiki barenga ingingo zafashwe zijanye no kutinjira hagati mu gisagara hamwe no kudakora inyuma y’isaha 12 z’umugoroba ko ingingo rusha zigiye gufatwa kubabirengako.
Mw’itangazo ubwo bushikiranganji bwasohoye rimenyeshako mu masanganya menshi yabaye mu mpera z’umwaka uheze basanze kenshi aterwa n’abunguruza abantu ku makinga bafise ubumenyi buke kubijanye n’uruja n’uruza hamwe n’abunguruza abantu ku mapikipiki bahonyanga amategeko agenga uruja n’uruza mu mabarabara. Iryo tangazo rivuga kandi ko iyo abo bunguruza abantu ku makinga bagize isanganya Babura uwo bitura bigatuma bimenya vyose kuko ata mashirahamwe yariho ajejwe gushumbusha abo bunguruza abantu ku makinga mu ngihe bagize impanuka. Ubwo bushikiranganji busaba abunguruza abantu n’ibintu bakoresheje amakinga canke amapikipiki kwubahiriza amategeko abagenga mu ntumbero yo gukinga amasanganya ava ku kurenga amategeko hamwe no gushika mu bibanza baterekuriwe n’amategeko.
Ishirahamwe Onelop ryashikirije ivyo ryaranguye mu myaka 5 iheze
Ishirahamwe ryishinze gukurikiranira hafi ibijanye n’amatora hamwe n’iterambere ry’amashirahamwe ONELOP BURUNDI rivuga ko kuva mu mwaka wa 2015 gushika mu mwaka wa 2019 waranguye ibitari bike murivyo hakaba harimwo gukora ivyegeranyo vyerekana uko umurwi CENI wokora wisunze ubuhinga hamwe n’ingendo nziza y’abanyeporitike.
Gilbert BECAUD NJANGWA aserukira imbere y’amategeko iryo shirahamwe yavuze ko murico kiringo bakoze ivyogenderwako vyotuma haba amatora meza,kwerekana uko amatora yagenze bongera berekana utunenge twayaranze hamwe no gukorana n’amashirahamwe 9 kugira bashobore gucungera amatora neza mu gihugu cose. Ibindi vyaranguwe n’iryo shirahamwe kuva mu mwaka wa 2015 gushika mu mwaka wa 2019 n’ibijanye no gutunganya amanama mu gihugu hagati kubijanye n’amahoro n’umutekano. Ku bijanye n’igikorwa co gukurikirana amatora,muri Onelop bavuga ko abanywanyi b’ishirahamwe ryabo bamaze kuja gukurikirana amatora yabereye mu gihugu ca Kenya mu mwaka wa 2015 hamwe n’amatora yatunganijwe mu gihugu ca Ouganda mu mwaka wa 2016
Umwe mu bakinye ireresi yerekana ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi yafashwe
Umushikirizamanza mukuru wa repuburika y’Uburundi Sylvestre Nyandwi yerekanye kuruno wa kane igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2019 ,umuntu yitwa Patrick Mugwaneza ari mu bakinye ireresi yerekanywe n’iradiyo BBC Afrique yavuga kubijanye n’ibikorwa vyo guhohotera agateka ka zina muntu mu Burundi inyuma  y’umwaka wa 2015, aho yerekana amabi akorwa n’abajejwe umutekano hamwe n’igendereza muri karitiye ya Kinindo.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kane igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2019,Sylvestre NYANDWI avuga ko uwo Patrick Mugwaneza asigura ko iyo reresi yakiniwe hanze y’Uburundi kandi mu kuyikina bihaye ibikorwa bitandukanye bamwe bigize abaporisi abandi nabo bigira abakozi b’igisata c’igendereza. Patrick Mugwaneza avuga ko ivyo yavuze muriyo reresi ari ububeshi kandi aremeza ko ivyo yashikirije muriyo ari ikinyoma akaba yashikirije ko bayiteguye bemerewe ko  bazohabwa uburenganzira bwo kuja mu gihugu c’Ubuhorande inyuma yo kuva mu gihugu ca Canada. Uwo mushikirizamanza mukuru wa Repuburika y’Uburundi avuga ko abandi bantu bagize uruhara muriyo reresi bariko bararonderwa.
Mairie-Ngagara : yakubiswe n’umusirikare ariko yiba
Uwitwa Ezeckiel MARIBICURO yakubiswe n’umusirikare akorera ku kirindiro ca gisirikare kiri muri karitiye ya gatatu ya Ngagara inyuma yaho yarahejeje kwiba afatikanije nuwundi amaterefone ngendanwa hamwe n’amafaranga.
Amakuru atangwa ava hafi yaho vyabereye amenyeshako uwo Ezeckiel MARIBICURO yakubiswe ariko agerageza guhungira muri karitiye ya Kavumu yo muri zone Kamenge komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura inyuma y’ubwo busuma yakoze. Bivugwako gushika ubu ibimaze kumenyekana yuko vyari vyibwe murako kabare kitwa Maronkero ari terefone ngendanwa 8 hamwe n’amafaranga ataramenyekana igitigiri. Abajejwe umutekano bavuga ko inkoho imwe yo mu bwoko bwa pisitore yafashwe murubwo bugizi bwa nabi kandi amatohoza kubijanye n’ubwo busuma abandanya.
Mabanda-Mugina : Abantu 879 bahungutse bakiriwe
Abantu bangana 879 nibo bakiriwe ahitwa ku Mugina k’urubibe Uburundi buhana n’igihugu ca Tanzaniya bahungutse bavuye mu nkambi yitwa « Nyarugusu » yo mu gihugu ca Tanzaniya. Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza Pierre NKURIKIYE amenyeshako abo bahungutse bagizwe n’imiryango 251 igizwe n’abagabo 390 hamwe n’abagore 489. Ayo makuru abandanya avuga ko abo bantu bose bava muri komine ya Nyanza Lac yo mu ntara ya Makamba kandi bakiriwe mu kigo gisanzwe gishikiramwo abahungutse « Camps de Transit » kiri muri komine Mabanda muriyo ntara nyene ya Makamba.
Ubushikiranganji bw’umutekano   buragabisha abakora  amakosa atuma haba amasanganya
Ubushikiranganji bw’umutekano ,gukinga no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe bumenyeshako bugabishije abantu bose bakora amakosa atuma haba amasanganya ahitana abantu n’ibintu ko badahevye iyo myifato vuba hagiye gufatwa ingingo zihambaye mu ntumbero yo gukingira ubuzima bw’abiyunguruza hamwe n’umutekano wo mu mabarabara .
Mw’itangazo ubwo bushikiranganji bwashikirije rimenyeshako mu mwaka uheze wa 2018 amasanganya angana ibihumbi 3 yahitanye 317 mu gihe abakomeretse nabo bangana 1850 . Ubwo bushikiranganji buvuga ko bwasanze ayo masanganya kenshi yatumwe no gupakira ingezi n’ibintu birenze hamwe no kugira k’umuvuduko urenze gose kandi bigakorwa n’abatwara imiduga yitwa Probox ziva ruguru kandi bakabikora ata n’uruhusha rubaha uburenganzira bwo gukora urudandazwa rwo gutwara abantu bafise. Muriryo tangazo bavuga kandi yuko n’abanyamakinga bagenda bafashe ku miduga yasubiye kwimonogoza bigatuma abatari bake bapfa abandi bakomereka ndetse bikabuza uruja n’uruza mw’ibarabara. Ubwo bushikiranganji buheraheza buvuga ko abatazoheba izo ngeso zose zituma amasanganya ahitana abantu benshi bagiye gufatirwa ingingo.
Mairie-Buterere : Umuntu umwe yatowe ikiziga mu nzu yiwe
Uwitwa Audrine NTIRAMPEBA yasanzwe yiciwe mu nzu iwe muri karitiye ya Buterere  2B kw’ibarabara rya mbere inomero 19 bikavugwako yiciwe mu nzu yarapanze. Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza Pierre NKURIKIYE avuga ko ikiziga cuwo Audrine NTIRAMPEBA bagize mu cumba araramwo kiri ku gitanda afise ibikomere mw’izosi no ku maboko. Ayo makuru abandanya avuga kandi ko uwitwa Pacifique BAKANIBONA barikumwe nuwo Audrine gushika igihe c’isaha icenda z’ijoro z’ubuca yafashwe. Bivugwa ko Audrine NTIRAMPEBA yarafise imyaka 24  yabana n’umwana wiwe w’imyaka 4 akaba kandi yakora umwuga wo kudandaza umubiri.
Gitega-Nyarusange:Umuntu umwe yapfuye yishwe
Umuntu yitwa Charles NDAYISABA  yaraye yishwe n’abagizi ba nabi mw’ijoro ryakeye buca ari kuruyu wa gatandatu igenekereo rya 9 Nzero 2019 igihe c’isaha zitatu n’inusu z’ijoro kumusozi Muzima komine Nyarusange mu ntara ya Gitega.
Amakuru dukesha ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza,amenyeshako uwo yishwe yarasanzwe ari umunyeshure mu mwaka wa nyuma w’indome za none kw’ishure ryisumbuye rya Nyarusange kandi yari umunyezamu acungera antene y’ishirahamwe ryo gutumatumanako Lumitel . Ayo makuru avuga ko abo bagizi ba nabi imbere yuko bahunga  bahejeje gukora iryo bara baciye baturira ahari imoteri yatsa iyo antene babona gutungwa nayo bameze. Bivugwako kuva ivyo bibaye hatanguye kuronderwa abo bagizi ba nabi ariko gushika ubu ata kintu na kimwe kiramenyekana  amatohoza akibandanya.
Inyuma y’uwahitanywe n’urusoro rw’umuporisi,igiporisi cagize ico kibivugako
Igiporisi c’Uburundi kimenyeshako umuntu anyonga ikinga yitavye Imana ahitanywe n’urusasu rw’inkoho y’umuporisi hafi ya Zone Rohero ku musi w’ejo vyavuye ku bantu bariko batera amabuye abaporisi bashaka kwaka inkoho uwo muporisiri ku nguvu urusoro ruca ruramwiyaka.
Mu kiganiro umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatatu kubijanye n’urwo rupfu,Pierre NKURIKIYE avuga ko abaporisi bariko bakora akazi kabo ka misi yose kajanye no kubuza abagendesha amakinga gushika hagati mu gisagara,umurwi w’abantu ucuza ubatera amabuye mu gihe bariko baka ikinga uwitwa Jonas NDAYISHIMIYE ,gushika aho bashaka kwaka inkoho umuporisi bituma urusoro rumwiyaka uwo yariko yakwa ikinga acahitanwa narwo. Pierre NKURIKIYE avuga ko muriyo mishwamirano,umuporisi yitwa Thadee NDUWIMANA yakomeretse bikomeye ,inyuma yivyo igiporisi gica gifata abari muriyo migumuko. Uwo avugira ubwo bushukiranganji avuga kandi ko ibikorwa bibi nk’ivyo vyo gusotora abaporisi vyabaye umugenzo murino misi abantu bakwiye kubahiriza amategeko bakavavanura n’iyo ngeso kandi bakamenya ko iyo abaporisi bari ku gikorwa bahawe aba ari ku neza y’abanyagihugu. Kubijanye n’abavuga uwo yapfuye yariko yakwa igiturire n’abaporisi,Pierre NKURIKIYE arabibeshuza aho avuga ko uwo murwi waje utera amabuye ata bintu bijanye n’ibiturire vyari kuhaba. Pierre NKURIKIYE avuga ati :”Nta vy’igiturire vyarimwo kuko uwo murwi waje utera amabuye,nta muntu yoza atera amabuye ngo muronke umwanya wo kuvugana igiturire, abaporisi baka igiturire barafatwa n’ubu hariho abafunzwe bagirizwa ivyo,ivyejo nta giturire carimwo n’abaje bashaka gutera abaporisi. “ Uwo avugira igiporisi yavuze ko uwo muporisi yafashwe nawe nyene ubu amatohoza ariko arakorwa kugira bizoce birungikirwa ubutungane. Uwo yapfuye azwi kw’izina rya Jonas NDAYISHIMIYE yavutse mu mwaka w’i 1988 akaba yava ahitwa i Rubamvyi muri komine Gitega mu ntara ya Gitega.
Cibitoke –Buganda : Abantu 7 bakomerekejwe n’igisasu ntezwantoki
Abantu 7 nibo bakomerekejwe n’igisasu ntezwantoki catewe ku bunywero bw’uwitwa Bosco Murekambanze wo muri zone Gasenyi komine Buganda mu ntara ya C’ibitoke  igihe c’isaha zibiri z’ijoro n’iminota 20 buca ari kuruyu wa mbere igenekerezo rya 4 Ruhuhuma 2019. Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza Pierre NKURIKIKIYE avuga ko 3 murabo 7 bakomeretse bikomeye ubu bariko bavurirwa mu bitaro vyo mu ntara ya C’ibitoke. Ayo makuru avuga ko uwateye ico gisasu ntezwantoki gushika ubu ataramenyekana ariko amatohoza aza yatanguye kugira uwo mugizi wa nabi afatwe.

SYNAPA na SNTS ariyamiriza umugambi wo kuyasambura
Amashirahamwe SYNAPA na SNTS aserukira abakozi bo mu gisata c’ubuvuzi mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya ikiza Sida ariyamiriza umugambi wo kuyasambura biriko bikorwa n’abakoresha bo murico gisata biciye mu bashinga hamwe no kwinjiza ku nguvu abakozi muri sendika nshasha yitwa SYNAPS. Mu kiganiro abarongoye sendika SYNAPA na SNTS bahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatandatu igenekerezo rya 2 Ruhuhuma umwaka wa 2019,bamenyesheje ko abakozi bose bahurikiye murayo masendika abiri batera ivyatsi uwo mugambi kuko amategeko ategekanya ko isendika ishirwaho n’abakozi ubwabo atari abakoresha bayishiraho. Mariya BUKURU arongoye sendika SNTS avuga ko umuntu yinjira muri sendika k’ubushake bwiwe ariko ikibabaje aruko iyo sendika iriko ishingwa n’abakoresha yinjiza abakozi ku nguvu. Mariya BUKURU yavuze ati :“Ntibikurikije amategeko kuko amasendika ashingwa n’abakozi akaba aribo bayitorera,nta mukoresha canke reta ivyinjiramwo ndetse nta mukoresha arekuriwe gushinga sendika kandi nta mukozi ayishirwamwo ku nguvu. ” Uwo arongoye sendika SNTS avuga ko iyo sendika SYNAPS batazokwigera bayemera kuko ata sendika ishingwa n’abakoresha. Kubwa Melance HAKIZIMANA arongoye sendika SYNAPA avuga ko bamwe mubariko bakora kugira ayo mashirahamwe abiri asamburwe ari bamwe mu bayobozi b’ibisata vyo murubwo bushikiranganji,bamwe mubarongoye intara z’ubuvuzi hamwe na bamwe mu barongoye uburere bw’ubuvuzi. Yaba Melance HAKIZIMANA arongoye sendika SYNAPA canke Mariya BUKURU arongoye sendika SNTS bose basaba urwego rukuru ruraba akarangamutima k’uwo mwuga gufasha ibintu bikiri hafi.
Muramvya:Uwagirizwa kwica umuntu yaciriwe urubanza
Sentare Nkuru y’Igihugu y’intara ya Muramvya mu ntahe y’ikibiriraho yaciriye umunyororo wo guherayo uwitwa NGENDAKIRIYO Anthere yagirijwe icaha co kwica uwitwa NIVYAYO Innocent yabiteguye. Amakuru dukesha umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa Agnes BANGIRICENGE amenyeshako NGENDAKIRIYO Anthere yishe Innocent NIVYAYO amutemye izosi akoresheje umuhoro. Ayo makuru abandanya avuga ko uwitwa NDAYIRAGIJE Caritas nawe yahanishijwe n’iyo sentare gufungwa imyaka 20 ku caha co gufasha murubwo bw’icanyi. Bivugwako uwitwa NSAVYIMANA Salvator, NDUWIMANA Vianney hamwe na BUKURU André bejejwe n’iyo sentare ku caha co kugira uruhara murubwo bwicanyi.
Muyinga-Giteranyi :Uwagirizwa kugira imigenderanire n’umugore w’uwundi muntu yishwe 
Umuntu yitwa NDAYIZEYE Zacharie wo ku musozi Kijumbura zone Masaka muri komine Giteranyi mu ntara ya Muyinga ,yapfuye inyuma yaho akubiswe inkoni ku mutwe n’uwitwa HABIMANA Pascal inyuma yo kumwagiriza ko afise imigenderanire n’umugore wiwe yitwa Jeanine NSENGIYUMVA. Amakuru atangwa n’umuvugizi w’Ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza Pierre NKURIKIYE amenyeshako Pascal HABIMANA yasanze Zacharie NDAYIZEYE ku bunywero bwiwe aba ariho amukubitira . Ayo makuru abandanya avuga ko Zacharie NDAYIZEYE yapfuye yamaze gushikanwa kw’ivuriro ryitwa Masaka ,Pascal HABIMANA nawe yaciye afatwa ubu ari mu minwe y’igiporisi kugira hakorwe amatohoza. Bivugwako umugore wa Pascal HABIMANA ariwe Jeanine NSENGIYUMVA nawe nyene ari mu maboko y’abajejwe umutekano mu ntumbero yo kumukingira.
Muramvya : Abagirizwa kwica umuntu bafashwe
Abantu 2 bagirizwa kwica uwitwa Innocent NIVYAYO wo ku mutumba Busimba mu ntara ya Muramvya bafashwe n’abajejwe umutekano muribo hakaba harimwo umuyobozi w’ishure ryisumbuye rya Busimba « Lycee Communal Busimba. » Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza Pierre NKURIKIYE avuga ko abo bafashwe ari Ngendakuriyo Anthère asanzwe ari umuyobozi w’iryo shure ryisumbuye hamwe n’uwitwa Nsavyimana Salvator batazira Kibarati yarasanzwe adadanza mu bunywero bwaho Busimba. Ayo makuru avuga ko abo bafashwe uko ari 2 bose bari ku kirindiro c’igiporisi c’i Muramvya. Innocent NIVYAYO afise imyaka 44 akaba yishwe hakoreshejwe imipanga.
Video : Umurwi w’abantu 4 bafashwe bariko biba abantu
Igisata c’igiporisi kijejwe amatohoza kiragabisha abantu bose ko hariho imirwi y’abantu ikora ubugizi bwa nabi bujanye no kwibisha urwenge abantu bakwiye kuyirinda kugira ntibarwe mu mitego yayo. Komiseri mukuru w’igiporisi kijejwe amatohoza Emile MANISHA avuga ko mu mirwi imaze gufatwa ikora ubwo bugizi bwa nabi hariho umurwi w’abantu 4 bafashwe kw’igenekerezo rya 11 Nzero 2019 bariko biba abantu mu kubahenda yuko bafise inzahabu bashaka uwuzibandandariza. Emile MANISHA avuga ko murabo harimwo uwiyita umuzungu hamwe n’umugore yiyita umunyamurengekazi kandi atari rya mbere bafatwa mu bubisha nkubwo kuko uwo mugore ibaye incuro ya 5 afashwe murivyo bikorwa. Uwo arongoye igisata c’igiporisi kijejwe amatohoza avuga kandi ko abantu 4 aribo bari bamaze kwibwa amafaranga n’abo bantu umwe akaba yaramaze gutwarwa amadorare ibihumbi 5,uwundi imiriyoni 10 y’amarundi,uwundi imiriyoni 4 n’ibihumbi 500 hamwe n’uwundi yatwawe imiriyoni 2 n’ibihumbi 500. Emile MANISHA abandanya avuga ko  uwo murwi w’abo bantu wiba wemeye ko wakoze ubwo busuma usaba yuko worekurwa kugira usubiza ayo mafaranga beneyo. Murico gisata kijejwe amatohoza bavuga ko hari uwundi murwi ugizwe n’abantu 2 bakorana n’uwitwa Divin BAKUNDUWUKIZE asanzwe ari mw’ibihero rya Gitega aho bakora ubusuma bwo kwiba abantu bakoresheje imbuga ngurukanabumenyi nka Facebook,WhatsApp n’izindi mu kwiyitirira amazina y’indongozi zimwe zimwe z’igihugu kugira Basabe  abantu amafaranga ngo bayarungike biciye mu nzira ya Ecocash kugira bazobaronsa ubuzi. Murubwo bugizi bwa nabi nyene bumaze imisi bukorwa,Emile MANISHA avuga ko hari n’uwundi yitwa Phocas TWAGIRAYEZU asanzwe asahura amasakoshi y’abagore akoresheje ipikipiki akaba yafatanywe amasakoshi 13 harimwo uburagamuntu hamwe n’udusaho dutoduto tubikwamwo amafaranga. Kubijanye n’abantu bafatwa bagaca barekurwa Emile MANISHA avuga ko iyo umuntu afashwe agafungwa hari uko amategeko ategekanya ajanye no kumutezurira canke kumurekura igikuru aruko iyo basubiye kumukorera idosiye bamenyesha kwatari rya mbere afashwe. Uwo arongoye igiporisi kijejwe amatohoza asaba abantu bose boba baribwe amasakoshi kwitura ico giporisi kugira bashobore kubishuriza ivyabo. Emile MANISHA asaba abantu kwiyubara ntibasubire guhendwa n’abantu babandikiye kuri Facebook canke WhatsApp kuko ata muntu yobura aho adandaza ivyo afise kandi ata muntu wo ku rwego rwo hejuru yotanga akazi abicishije kuri Facebook.

Gitega : Abantu bubaka badakwirikije amategeko ivyo bubatse bizoshirwako ikimenyetso gitukura 
Buramatari w’intara ya Gitega Venant MANIRAMABONA amenyeshako abantu baronkejwe ibibanza vyo kubakamwo n’igisata kibijejwe bibujijwe kugurisha ico kibanza,mu gihe adashoboye kucubaka akwiye kubimenyesha abo vyega agasubiza ico kibanza kugira aronswe amafaranga yakiguze.
Mw’itangazo ryashikirijwe n’umukuru w’intara ya Gitega inyuma yaho igisagara ca Gitega kigizwe umurwa mukuru w’intara ya Gitega,Venant MANIRAMBONA avuga ko umuntu adafise uruhusha rutangwa n’igisata kijejwe gutunganya ibisagara adafise uburenganzira bwo kubaka murico gisagara canke mu micungararo yaco. Uwo buramatari w’intara ya Gitega avuga ko abantu bubaka badakwirikije amategeko ivyo bubatse bizoshirwako ikimenyetso gitukura mu ntumbero yo kubereka ko bizobomorwa kugira amategeko agenga igisagara akwirikizwe. Venant MANIRAMBONA asaba abajejwe intwaro bose muriyo ntara ya Gitega hamwe n’abahinga gufasha murico gikorwa kugira ivyasabwe vyubahirizwe.
Nyakabiga : Umurwi w’abasuma 6 wafashwe
Umurwi ugizwe n’abasuma 6 wiba imiduga waraye ufashwe n’igiporisi igihe c’isaha zitanu n’iminota 45 buca ari kuruyu wa gatatu muri zone ya Nyakabiga mu gisagara ca Bujumbura. Amakuru ava mu bushikiraganji bw’umutekano no kugwanya ibiza avuga ko uwo murwi w’abantu 6 wafashwe uri mu modoka yo mu bwoko bwa TI ufise imparati F3998 ikaba yaririmo uduti tw’urumogi dushika 35. Ayo makuru abandanya avuga kandi ko umukuru w’uyo murwi yitwa  Kevin Nikwibitanga asanzwe aba aho nyene mu Nyakabiga ya mbere kw’ibarabara rya 6 akaba azwi cane mubijanye n’ubusuma bw’imodoka. Bivugwa ko abo bafashwe bose bari ku kirindiro c’igiporisi co mu Nyakabiga mu gisagara ca Bujumbura kugira hakorwe amatohoza kugira bashikirizwe inzego za reta zibijejwe.

NIBAHANWA NAMATEGEKO BAHASHWE
Makamba : Abagirizwa urupfu rw’umudandaza baciriwe urubanza
Sentare nkuru y’intara ya Makamba yaciriye gufungwa ubuzima bwose abantu 5 bagirizwa urupfu rw’umudandaza Emile NTAHIRAJA w’imyaka 34 yishwe hakoreshejwe ikigwanisho gicira umuriro kw’igenekerezo rya 3 Nzero 2019 ku musozi Jimbi ahitwa Gifumbe muri komine Kibago.
Abaciriwe gufungwa ubuzima bwabo bwose ni Eric HAVYARIMANA w’imyaka 32 batazira MACARI wo k’umusozi KIRARE komine ya Makamba, Lévis NDUWIMANA w’imyaka 30 batazira Sedechias, Jean Marie NIYONCUTI w’imyaka 29 batazira NYONI , Bonaventure KABURA w’imyaka 28 batazira Jeyijeyi hamwe na Egide NDUWUMUKAMA w’imyaka 35 ava ku musozi JIMBI,muri komine KIBAGO. Uwitwa  Evariste KATIHABWA w’imyaka 39 ava   ku musozi MURAMBI muri komine  KIBAGO,yari mu bagirizwa muriyo dosiye yejejwe mu gihe uwitwa pascal NSENGIYAREMYE w’imyaka 43 wo ku musozi MBIZI muri komine ya  KIBAGO nyene yaciriwe gufungwa amezi 6 hamwe n’ihadabu y’amafaranga ibihumbi 100 yagirijwe gusura ibinyoma. Iyo sentare nkuru y’intara ya  Makamba yaciriye ihadabu y’imiriyoni ibihumbi 50 abo baciriwe gufungwa ubuzima bwose umwumwe akazotanga imiriyoni 10 ku muryango wabuze.
Umusore yakora ivyo yita kuvumbura ari mu minwe y’igipolisi
Uwundi igipolisi ceretse abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane itarike 03 Gitugutu n’umusore  Iradukunda Pacelli yamenyekanye kw’izina rya Landry Promoter azwi ku masanamu yakora kayacisha kubuhinga bwa youtube avuga ko harabo yavumvuye (afashe) bariko basambana canke bakora ibindi yarahagaritswe n’igipolisi. Umuvugizi w’igipolisi c’uburundi Pierre Nkurikiye akavuga ko Pacelli Iradukunda yishiriyeho ikinyamakuru kitemewe n’inzego zibishinzwe, akagikoresha mu gutyoza imico y’ikirundi mu kwinjira mu buzima bwa bantu na cane cane abaririmvyi akabasanga muhira abagiriza ivyo avuga ko asanze bariko barakora. Nk’uko bivugwa na Nkurikiye uwo musore akekwako icaha co gutosekaza imico y’ikirundi. Iradukunda Pacelli agasaba imbabazi ati tugiye kuraba neza twarakoze amakosa, akavuga ko asavye imbabazi abajejwe intwaro muri rusangi na cane cane urwaruka rwakurikirana ivyo yakora. Umuvugizi w’igipolisi akaba yaboneyeho gusaba abarundi muri rusangi na cane cane abakenyezi n’abigeme kugaruka ku mico myiza y’ikirundi na cane cane mu bijanye n’inyambaro.
Ndicuza ivyo nakoze, Olegue azwi kwizina rya Délégué Général 
Umuririmvyi akiri muto w’umurundi Olegue Baraka yamenyekanye kwizina rya Délégué Général kubera indirimbo yise uko,  ibonekamwo abana bakiri bato bakora ibintu bihushanye n’imico y’ikirundi  nko kwerekana amabere, amatako n’ibindi, amaze iminsi mu minwe yabajejwe umutekano. Kuri uno wa kane itarike 03 Gitugutu niho yerekwa abamenyeshamakuru .
Umuvugizi w’igipolisi akavuga ko uwo musore yagaragaye kandi ku masanamu ashigikira abana batabuye impuzu zabo bahejeje ibibazo mukuvuga ko batabuye izabo, akifatira kandi mu gahanga umushikiranganji w’indero. Pierre Nkurikiye akavuga ko Olegue atagarukirijaho, ashitse mu gasho ngo yaciye yifata amasanamu avuga ko mw’ijoro aja gufungirwa mu mazi, kubwa Nkurikiye ivyo bigashobora gukoreshwa n’abansi b’uburundi mu gusohora ivyegeranyo bityoza i gihugu. Umuvugizi w’igipolisi akavuga kandi ko abana bose bakinye mu ndirimbo yiswe Délégué Général bategerezwa kuronderwa bakabazwa co kimwe n’uwatanze ishure rya kinirwamwo ivyo bitera soni. Uwo musore akaba yasavye imbabazi ababonye ayo masanamu. Yagize ati : « ndicuza na koze ibintu bitari vyiza ndasaba imbabazi kuko n’imyaka ni adolescence, nahenzwe n’abagenzi ubu ntibangemurira naho nobahamagara ntibitaba. Ndasavye ikigongwe abajejewe umutekano, abajejwe intwaro na barundi bose muri rusangi ». Umuvugizi w’igipolisi akavuga ko uwo musore yagirizwa ivyaha vyogukwegera abantu mu buhumbu hamwe n’ivyaha vyohungabanya imico y’ikirundi.
Abavukanyi bafashe ingingo yo kuririmbira hamwe nk’ababigize umwuga
Umuririmvyi Jean Marie AHISHAKIYE asanzwe aba mu gihugu ca Australiya na Mechack MANIRAHA, azwi kw’izina ry’umwuga wo kuririmba nka Chack Jee, bakaba ari abavukanyi, bafashe ingingo yo kuririmbira hamwe nk’ababigize umwuga. Jean Marie AHISHAKIYE ari nawe mukuru wa Chack Jee, amenyesha ko ingabirano yo kuririmba basanze iri muri bo, ari naco gituma bafashe ingingo yo gukora umwuga wo kuririmba ku rundi rwego. Ati : Twarabonye ko nk’abavukana dufise ingabirano. Nico gituma tutobandanya turirimba ku rugero rusanzwe ari naco gituma tugiye kuririmbira hamwe, kandi tukaririmba nk’ababigize umwuga. Avuga kandi ko yaba we canke Chack Jay bafise indirimbo nyinshi kandi ko kuva mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019 bagiye no gutangura kuremesha ibiteramo bari kumwe mu bice bitandukanye. Kubera ko kuririmba nk’ababigize umwuga bisaba ko bakora ibintu vyiza vy’akarorero, Jean Marie AHISHAKIYE amenyesha ko umuhinyanyuzi Kook-K ariwe azobafasha mu bijanye n’impanuro. Jean Marie AHISHAKIYE na Chack Jee bamaze gukorana indirimbo zitatu, nayo indirimbo Igitego na Ivyari imagera vyarageruwe za Jean Marie AHISHAKIYE zikaba zigiye gusohorerwa amasanamu (Clips) bikazokorerwa mu gihugu ca Kenya.
Umuhinga mugutwenza Kacaman Darcy ntakiri mw’isi yabazima
Darcy Kacaman umwana yarakiri muto cane yarafise impano yo gutwenza yitavye Imana kuri uyu wa kane itarike 4 myandagaro uyu mwaka. Mu nkuru ziva ku murwa mukuru wa politike Gitega zivuga ko yahitanywe ni ngwara ya malariya. Iyo ngawara kandi ngo yamufashe kuva ku munsi wa mbere w’iyi indwi nkuko ayo makuru yabandanije avuga kuko mu ndwi iheze yariko akoresha ibiteramo vyo gutwenza abantu ari kumwe na Kigingi. Itarike yo kuzomushingura kugeza ubu ikaba itaramenyekana.
Tetero Laurette agir’ati nimba narashoboye gutahukana ihiganwa, n’abandi bigeme bobishobora
Umwigeme Tetero inyuma y’indwi irenga atahukanye ikibanza ca mbere muri Primusic2019, Agence Nawe yaramutumiye kugira imubaze ukwo yiyumvise atsinze hamwe n’imigambi afise muri kazoza hamwe nico bomwitegako muguteza imbere impano yiwe mu muziki. Uwo mwigeme akiri muto muga afise ivyiyumviro birashe mu kwishura ibibazo vy’abamenyeshamakuru, biboneka ko afise imigambi itari mike ashaka kuzorangura akoresheje amafaranga yatsindiye mur’iryo higanwa. Aramenyesha ko ihiganwa kuva rigitangura yarafise ubwoba kuko yibaza ko aza guhura n’ibihangange mu muziki ariko aza yumva ngo niwe abaye uwambere mubazoserukira igisagara ca Bujumbura, ivyo rero bica bimuha integer zo kubandanya ihiganwa yumva ko nawe ashoboye. Yarakora cane abifashijwemwo n’umurwi wiwe yitiriye Team Tetero aho uwo murwi wamufashije kurondera amajwi mu bantu hirya no hino mu gihugu. Kandi aranavuga ko Se na nyina bamufasha nabo nyene kurondera amajwi mubagenzi babo aho basohokera. Kandi amenyesha ko uwo murwi wiwe ariwo umufasha kumenya ngene akwiye kwigenza mw’ubu buzima bushasha yatanguye. Aremeza ko iyo ushaka ikintu utegerezwa gukora cane, kuko yaryama isaha indwi zijoro akavyuka isaha cumi na zibiri z’agatondo aho hose ariko arakora kugira ashobore gutsindira izo miriyoni. Araryoherwa cane n’ingene umuvyeyi wiwe (se) asigaye amubwira ko amushimisha bivanye n’uko amubonamwo kazoza kuko aravye imyaka yiwe muga akaba ari umwana azi kurondera akoresheje impano yiwe. Arababazwa n’ingene mu Burundi turenga imiriyoni 10 muga abantu bakaba batitabiriye akamo bari batewe ko gutora abo bariko barahiganwa mu gihe ari ihiganwa ryari ryateguwe n’ishirahamwe Brarudi risanzwe rizimya akanyota kaba barundi nyene barenga imiriyoni 10. Arangiza atera akamo abandi bigeme kuza baritabira amahiganwa aba yateguwe na cane cane ihiganwa rya primusic rikurikira kuko ngo nimba nawe yarashoboye kuritahukana n’abandi bobishobora.
Abazitaba igice ca kabiri gishira icanyuma muri PRIMUSIC bamenyekanye
Inyuma yo gutora batandatu bazoserukira igice c’ubumanuko bw’igihugu mw’ihiganwa PRIMUSIC, kuri Uno wa 13 mukakaro umwaka w’ibihumbi 2019 Mu ntara ya ngozi hari haramutse hatorwa batandatu bazoserukira akarere k’uburaruko mw’ihiganwa PRIMUSIC ,muri ako karere hari hahuriye intara za Muyinga,  Ngozi,Kayanza,Kirundo,Gitega,Muramvya,Ruyigi,Cankuzo,Carisi na Cibitoke aho bose hamwe mubitavye iryo higanwa bashika 20 bakaba bahuriye ku kibuga c’umupira w’amaguru co mu ntara ya Ngozi citiriwe Agasaka. Inyuma yo kwumviriza abahiganywe uko ari 20 umurwi utanga amanota waciye uhitamwo batandatu bazoserukira ako karere mu gice ca kabiri gishira icanyuma aribo Dusabe Blaise Eloi Kaze Sosthene Tubane,Ndereyimana Francis,Uwitonze Nahason na Munezero Guy Arnete. Inyuma yo gutora batandatu bazoserukira ako karere hakurikiye igiteramo c’agakura caremeshejwe n’abaserukizi ba PRIMUSIC BIG FIZZO NA SATB babiciye bigacika aho abakunzi ba Primus n’umuziki batamba bagatarika bongera bohereza agacupa ka Primus kagurishwa igiciro kigabanije. Aha mwomenya ko igice ca kabiri gishira icanyuma mw’ihiganwa PRIMUSIC kizobera kuri Uno wa 21mukakaro 2019 Mu ntara ya gitega.
Batandatu bazoserukira igice c’ubumanuko bw’igihugu  muri PRIMUSIC bamenyekanye
Ihiganwa PRIMUSIC ritegurwa ry’ikinyobwa PRIMUS  ryarabandanije kur’uno wa gatandatu igenekerezo rya 06 mukakaro 2019  Mu gice ca Kane gishira ica nyuma aho hari haramukiwe igice c’ubumanuko bw’igihugu kigizwe n’ntara za Rutana,Makamba,Bururi,Rumonge,Bujumbura Mairie, Bujumbura na Bubanza aho abaserukira izo ntara indwi uko bari mirongo ibiri (20) barimwo abigeme indwi bose bakaba bahuriye Ku murwa mukuru w’intara ya Rumonge ku kibuga c’umupira w’amaguru co muri iyo ntara. Abahiganwa uko ari mirongo ibiri barahawe akaryo ko kuririmba ururimbo rumwe imbere y’umurwi utanga amanota muri iryo higanwa rya PRIMUSIC aho baririmba kandi bari imbere y’abakunzi isinzi b’umuziki bari basidukanye n’iyonka kuri ico kibuga c’umupira w’amaguru co mu Rumonge. Abahiganwa Bose uko bari 20 umwe wese yari yahawe akanya k’iminota utatu(3) Umurwi utanga amanota muri iryo  higanwa rya PRIMUSIC umaze kwumviriza abahiganwa uko ari 20 baserukira igice c’ubumanuko bw’igihugu wahisemwo batandatu bazoserukira ubumanuko bw’igihugu mu gice ca kabiri gishira ica nyuma abo nabo akaba ari Samuel Nduwimana,Laurette Tetero,Nikwigize Abichai,Aletta Irandagiye,Nkeshimana Kelly,Bonkin Mfisumukiza. Inyuma yo gutora batandatu bazoserukira ubumanuko bw’igihugu mw’ihiganwa rya PRIMUSIC hakurikiye igiteramo c’agakura caremeshejwe n’abaserukizi ba PRIMUSIC aribo Big fizzo na Sat-b ku kibuga  c’umupira w’amaguru co ngaho mu Rumonge aho babiciye bigacika aho n’abakunzi b’umuziki bari baje ku bwinshi bahimbawe n’ico giteramo bongera basoma akarahuri ka PRIMUS  kari kagabanijwe igiciro Bikaba vy’iteze ko ikindi gice ca kane gishira ica nyuma c’ihiganwa PRIMUSIC kizohuza intara z’uburaruko bw’igihugu kizoba kur’uno wa 13 mukakaro mu ntara ya ngozi naho nyene bakazohitamwo 6 bazoserukira uburaruko bw’igihugu mu gice ca kabiri gushira ica nyuma c’ihiganwa PRIMUSIC.
Yari amarira kuri bamwe n’umunezero ku bandi
Inyuma yaho igice ca kane gishira ica kabiri c’ ihiganwa PRIMUSIC gihereye hagatorwa cumi na babiri bashobora kubandanya mu gice ca kabiri gishira icanyuma, baciye bajanwa mu nyubakwa ya Primusic bahamara indwi yose kugira bamenyerezwe kuririmba babifashijwemwo n’abahinga kandi mw’iyo ndwi nyene abakunzi babo bari bahawe akaryo ko gushobora kubatora biciye mu kurungika ubutumwa canke bagatora bakoresheje aprikasiyo iri mu materefone. Niho ku musi w’Imana igenekerezo rya 21 Mukakaro 2019 isango ry’igice ca kabiri gishira icanyuma ryagera mu ntara ya Gitega ahahoze hari ikibuga c’indege aho ibirori vyari bikomeye cane hagatorwa 6 bazobandanya n’igice ca nyuma.     Ku musi w’ihiganwa ico kibanza cari categuwe cari cakubise kirazima kubera isinzi y’abantu bari baje kuraba impano nshasha ziri mu Burundi. Abahiganwa bose ukwo bari 12 barahawe akanya bararirimba hama ivyo biheze wa murwi ujejwe gutanga amanota uca urashikiriza batandatu babandanya ihiganwa bafatiye ku baronse amajwi menshi y’abakunzi babo biciye mu butumwa bwagiye burarungikwa. Ikibanza ca mbere cagiyemwo umwigeme Tetero Laurette, akurikirwa n’umusore Tubane Cedric uwagatatu aba Blaise Eloi Dusabe, Bonkin Mfisumukiza, Munezero Guy Arnete na Sosthène Kaze. Abatowe ukwo ari batandatu yari umunezero mwinshi cane kandi bagasaba ko bobandanya kubatora no mu gice ca nyuma hama kurundi ruhande n’aho batandatu bavuyemwo yari amarira. Vya bihangange vy’umuziki SatB na Big Fizzo bari bahishikiye kugira baryoshe ivyo birori n’indirimbo zabo aho vyaboneka ko abantu bari bavyishimiye cane. Isango rikurikira ry’igice ca nyuma c’ihiganwa ritegekanijwe ku musi w’Imana igenekerezo rya 28 mukakaro 2019 ku kibuga ca ETS Kamenge aho n’awa muririmvyi rurangiranwa Diamond Platinumz azoba yahishikiye.
Impano yiwe mu muziki yatumye Tetero atsindira ama miriyoni menshi cane
Igice ca nyuma c’ihiganwa Primusic ku kibuga ca ETS Kamenge cari citabiriwe n’isinzi ry’abantu kugera naho hari nabatashe bataronse ukuntu binjira bivanye n’ukwo ikibuga cose cari cuzuye abantu kandi baryohewe cane bivanye n’ibirori vyariko birahabera. Ibaze kubwirwa ko Diamond wama wumva indirimbo ziwe kw’iradiyo canke ubona gusa amasanamu yiwe ku mboneshakure hama ukabwirwa ko bishoboka ko umubona amaso ku maso ngaha i Bujumbura ariko aririmba za ndirimbo nyene wama ubona. Naho vyibonekeje ko abantu bose bari baryohewe cane, uwashaka kumenya insiguro nyayo y’ijambo umunezero wari kwegera Laurette Tetero  ku miriyoni 25 yarahejeje gutsindira mw’ihiganwa Primusic. kw’igenekerezo rya 28 Mukakaro 2019, hari hategekanijwe igice ca nyuma c’ihiganwa ryari rimaze amezi arenga abiri ririko riba mu gihugu cose. Ibirori vyatanguye isaha icenda aho ikibuga cari gitanguye kwuzura abantu. Bamwe batandatu bari mw’ihiganwa baca bahabwa umwe wese kuririmba indirimbo zibiri zibiri imbere y’isinzi ry’abantu. Hama vya bihangange mu muziki Big Fizzo na Sat B baca bahabwa isaha umwe wese yo kuririmba aho vyibonekeje ko abantu bari baryohewe. Icatangaje abantu n’ukubona Sat B ahamagara Big Fizzo ngo aze baririmbane indirimbo imbere y’abantu, bahejeje kuririmba baca barahoberana. Abantu bose barashimye ukuntu umuziki wunga abantu bagakundana. Bahejeje kuririmba wa murwi utanga amanota waciye ushikiriza amanota y’ingene bamwe 6 bari mwihiganwa barushanwa. Umwigeme Laurette Tetero niwe yarushije abandi aho vyanabonetse ko ariwe mwigeme wenyene yar’asigaye mw’ihiganwa kandi ni we yarafise amajwi menshi yabagiye baramutora biciye mu kurungika ubutumwa mugihe ico cari kimwe muvyo wa murwi utanga amanota wisunze. Vyabaye ivyimboneka rimwe mu mateka ya Primusic kuva igitangura kuko nta narimwe iryo higanwa ryari bwatwarwe n’umwigeme. Yaciye akurikirwa mu kibanza ca kabiri n’umusore Dusabe Blaise Eloi, ikibanza ca gatatu kijamwo uwitwa Kaze Sosthène, ikibanza ca kane kijamwo Tubane Cedric, ikibanza ca gatanu kijamwo Mfisumukiza Bonkin hama ikibanza ca gatandatu kijamwo Munezero Guy Arnet. Umwe mubari bagize umurwi utanga amanota Christian Nsavye niwe yashimye cane ngene iryo higanwa ryagenze kuva mu ntango gushika rihere n’ingene Brarudi yitaho guteza imbere umuziki mu Burundi, yamenyesheje ko impano yo kuririmba abarundi bayifise uravye nkivyo SatB, Big Fizzo, Rally Joe n’abandi bakora gusa ko habuze ugushaka kw’abantu kugira bashire imitahe yabo mu baririmvyi gutyo mu myaka mike gusa wosanga abaririmvyi babarundi bageze ku rwego nkurwa Diamond. Uwararindiranywe igishika cinshi nawe aba arashitse, uwo suwundi yari wa muririmvyi wo mugihugu ca Tanzaniya Diamond Platnumz. Agishika gusa imbere atanguye kuririmba abantu kubera kumukunda bose babaye nkabashaka kumusanga imbere ngo bamufashe kuririmba. Ibirori vyo kur’uwo musi vyagiye guhera igihe c’isaha zine z’ijoro abantu babona gutaha, amabarabara yose yegereye ETS Kamenge yari yuzuye wamengo ni kumurango.
Umuririmvyi Diamond Platnumz ari mu Burundi 
Umuririmvyi Diamond Platnumz ava mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya yashitse mu Burundi aho aje mu giteramo c’ihiganwa Primusic kiza kuba kumugoroba w’uyu musi w’Imana igenekerezo rya 28 Mukakaro ku kibuga ca ETS Kamenge, kikaba categuwe n’ishirahamwe Brarudi ribicishije mu kinyobwa Primus. Inyuma yaho ihiganwa Primusic rimaze imisi riba aho kugeza ubu hasigaye abantu batandatu mu gice ca nyuma c’ihiganwa, ishirahamwe Brarudi ryashimye gutumira umuririmvyi akomeye mpuzamakungu Diamond Platnumz kugira abe ariwe aza gufadikanya nabaririmvyi b’abarundi aribo Sat B na Big Fizzo ari nabo bari basanzwe ari abaserukizi mw’iryo higanwa aho ryagiye rirabera mu gihugu hose. Uwo muririmvyi mpuzamakungu Diamond Platnumz ari kumwe na Sat B be na Fizzo baciye batanga ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru bavuga ukuntu biteguye kunezereza abantu uyu musi ku kibuga ca ETS Kamenge ku mugoroba aho baza kuririmba ngo babice bicike mu ntumbero yo gusozera ihiganwa ryari rimaze imisi rya Primusic. Diamond yabwiye abamenyeshamakuru ko kuri we atakibazo afise hamwe hogira umuririmvyi w’umurundi ashaka ko boririmbana indirimbo.

MUSIC : Woba uzi insiguro y’indirimbo nshasha" komborera" ya aime loveness na "urambasha" ya aubin lux ?
Abarundi benshi baribaza ikintu cokorwa kugira umuziki wo m’Uburundi utere imbere cokimwe nibindi bihugu, munyishu imwe igenda iratangwa naba na bariya n’uko abaririmvyi bogiriranira urukundo, bagasenyera k’umugozi umwe.Ni muri iyo ntumbero abaririmvyi babiri bahurikiye muco bise « Urunganwe rushasha » (Nouvelle Génération) aribo Aubin Lux na Aimé Loveness, batanguye intambwe yambere mu kwerekana urukundo rubaranga aho bashize ahabona kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 3 Kigarama 2019 indirimbo zibiri mu mwanya umwe ndetse zifise nico zisigura.
Umuririmvyi Aimé Loveness yashize ahabona indirimbo yise" KOMBORERA" yakozwe n’umuhinyanyuzi Lil Evry Pro, umusore Aubin Lux nawe ashira ahabona indirimbo yise "URAMBASHA" yakozwe n’umuhinyanyuzi Endo Mike the Machine Munzu ya BANTU BWOY RECORD. Izo ndirimbo uko ari zibiri zikaba zifise insiguro : • Izo ndirimbo zahawe isanamu imwe (Cover) n’abo baririmvyi babiri. Ikaba ari ingereranyo yuko bava mugihugu kimwe c’Uburundi ndetse n’ubumwe buri hagati yabo.
• Izo ndirimbo zahawe amazina (Titres) abiri atandukanye, bigasigura ko naho hari ubutandukane hagati yabo baririmvyi , bose bakorera mugihugu kimwe arico Uburundi.
• Amazina y’izo ndirimbo(Titres)  uko ari Zibiri afise indome zingana (9), bisigura ko abo baririmvyi bose bariko barwanira inyungu zimwe z’uko umuziki w’uburundi wotera imbere biciye munguvu z’abaririmvyi bose atakwikwegerako. Tukabibutsa ko abo baririmvyi babiri Aubin Lux na Aimé Loveness batumirira abandi baririmvyi bagenzi babo ndetse n’uwo wese afise ico aterera kugira umuziki utere uja imbere, kubandanya bakomeza ubumwe n’urukundo hagati yabo.
MUSIC : Imyaka 13 irarangiye umuririmvyi soso-k yitavye imana
Mu mwaka wa 2006, abarundi n’abakunzi b’umuziki mu Burundi no mu makungu barabuze umwe mu bihangange vy’umuziki ico gihe ariwe SOSO-K. Uwo muririmvyi akaba yitavye Imana inyuma y’indirimbo nyinshi yari ahejeje gusohora, zikaba ari nazo zamufashije kumenyekana no gukundwa cane. Soso-k akaba yitavye Imana kw’igenekerezo rya 26 Munyonyo 2006 mu gisagara ca Bujumbura.
Umuririmvyi Soso-k yari akomeye cane hano mu gihugu c’Uburundi, akaba ari umwe mubaririmvyi baranze imyaka ya 1990. Yaritanga mu gukora uko bashoboye kwose kugira umuziki w’uburundi ugume utere imbere,umenyekane mu makungu na cane cane abicishije mu ndirimbo ziwe zagiye zikundwa hirya no hino nka “Soso-K never die”, “Itawa Aje” yaririmbanye na mukuru wiwe Peraps, “Leo njo leo” n’izindi. Kuri uno munsi wa kabiri igenekerezo rya 26 Munyonyo umwaka wa 2019, abarundi, abaririmvyi, abakunzi b’umuziki w’uburundi n’abamenyeshamakuru baribuka imyaka cumi n’itatu iheze uwo yahoze ari igihangange mumuziki w’uburundi Soso-K, yari arongoye umurwi QUESTION G (? G)  yitavye Imana.
"Mbe yoba ari show bizz canke batandukanye koko" Sat b  na Belle Nice
Kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 6 Munyonyo 2019, umuririmvyi Sat-B abicishije ku rubuga ngurukanabumenyi rwiwe rwa Facebook,  yanditse akoresheje amajambo abantu benshi batatahuye kumwe bivanye n’uko uwo muririmvyi asazwe akoresha imbuga ziwe mu gutanga amakuru aba ahinyitse bamwe bati yoba agiye gusohora indirimbo nshasha, abandi nabo ngo umukunzi wiwe Belle Nice Ingabire yoba yamuhevye. Ku ruhande rwa Sat-B, uravye amajambo yanditse, hashobora kuba harimwo ikintu cinyegeje inyuma, akaba yanditse ku rubuga rwiwe rwa Facebook agira ati : “Sinigeze menya yuko vyogera aha canke yuko jewe nawe vyoshika tukankana .” Haciye umwanya muto, umukunzi wiwe Belle Nice nawe aca arandika abicishije nyene kuri Facebook nawe ati : “Leave Me Alone ” . Ibi navyo bikaba biriko birashika inyuma y’ukuvurwa ko uwo mwigeme yarasazwe asohokana na Sat B ndetse ari no muri Label yiwe ya Empire Avenue yoba afise imbanyi y’uwo muririmvyi n’aho ayo makuru kumpande zoze atawurayemeza neza. Ikindi n’uko igihe Sat-B yava mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya uwo mwigeme atashoboye gushika kumwakira ku kibuga c’idege  nk’uko vyahora  iyo uwo muririmvyi asohotse igihugu canke atahutse. Twobibutsa ko ivyo bibaye inyuma y’isanamu iriko igaragara ku rubuga rw’umwe mubo bita "Queen Vidéo" wo mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya.
Iyamirizwa ry’itunganywa rya Miss Burundi 2019
Mu ntumbero yo gushigikira no gutegura neza igikorwa ca « MISS BURUNDI 2019 », amashirahamwe yagiye hamwe ariyo (FONDATION FEMIDEJABAT, Association Pour La Consolidation de la Paix au Burundi « ACOPA-BURUNDI » na Union des Artistes du Burundi et de la Diaspora « UNABUDI-INYENYERI Z’UBURUNDI KW’ISI YOSE », yatunganije kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 6 munyonyo 2019 ikiganiro ku banditsi nabamenyeshamakuru, aho bagarutse ku vyavuzwe n’abarongoye ishirahamwe MISS BURUNDI EVENT,  ariryo risanzwe ririko ritegura ivyo birori vya Miss Burundi 2019. FONDATION FEMIDEJABAT, ACOPA-BURUNDI na INYENYERI Z’UBURUNDI KWISI YOSE, amenyeshe ubushikiranganji bujejwe imico, agateka kazina muntu n’ingenzi, abarundi  ndetse n’amakungu ko itegurwa ry’igikorwa ca MISS BURUNDI 2019 kirimwo utunenge tumwe tumwe n’ikumirwa rya bamwe na bariya na cane cane ko ishirahamwe MISS BURUNDI EVENT ridashaka ubundi bufasha na bumwe mwitegurwa ryico gikorwa ca MISS BURUNDI 2019. BAKANIBONA Isaac, aserukira ishirahamwe ACOPA-BURUNDI imbere y’amategeko agira ati : « tumaze kubona ko ishirahamwe MISS BURUNDI EVENT rishizeho ibisabwa ku bazoza kwiyandikisha muri iryo higanwa, vyaraduteye amakenga kuko bararenze amategeko agenga igihugu (Droit Constitutionnel), nko kwidegemvya(Liberté) kw’umuntu bivanye nuko uwuzotorwa muri iryo higanwa ataburenganzira azoba afise bwo kuja iyashaka ishirahamwe MISS BURUNDI EVENT ritabizi ». Arongera ati : « Igikorwa nkico ca Miss Burundi, n’igikorwa cerekeye igihugu cose ndetse n’abarundi, ntakuntu woca ukumira bamwe uvuze ko abazokwitoza ubasaba kuzoba bari hagati y’imyaka 18 na 25, ko bategerezwa kuba bararangije amashure ya kaminuza, ko baba bafise uburebure bwa metero imwe na sentimetero mirongo itandatu na zitanu (1m65cm) canke zirenga kandi ko baba batarenze ibiro mirongo itandatu na bitanu (65kg). Uko ni ugukumira umuce w’abarundi kuko umuntu ashobora kuba mwiza, akagira ubwenge, mugabo adafise ivyo bipimo vy’uburebure ». Ayo mashirahamwe afatiye ku karanga n’imico y’abarundi no gutsimbataza amahoro vyamye biranga abarundi, basanze igikorwa ca Miss burundi 2019 gikwiye kuja mu bikorwa vya Leta kandi ko atamuntu canke ishirahamwe na rimwe rishobora kwiyitirira ico gikorwa no kugitunganya atari « ubushikiranganji bujejwe imico, akaranga n’ingenzi » canke umurwi woba ugenywe n’ubwo bushikiranganji. Arabandanya amenyesha ko iryo tegurwa rya Miss Burunndi 2019 n’ishirahamwe Miss Burundi Event, ataho riza rifasha mw’iterambere ry’imico y’abarundi, mugushirahamwe kw’abarundi ndetse no mw’iterambere ryabigeme muri rusangi,ahubwo iryo tegurwa riteye makenga kuko habonekamwo ikumirwa ryigice kimwe c’abarundi bivanye nivyasabwe (Critères de Sélection). Ayo mashirahawe arangiza asaba ubushikiranganji bujejwe imico, akaranga ningenzi ndetse n’ubushikiranganji bwagateka kazina muntu ibi bikurikira : 1.	Gukuraho burundu itunganywa rya Miss Burundi y’umwaka 2018-2019 ; 2.	Gushiraho umurwi w’igihugu uhurikiyemwo bose uzoba ujejwe guhinyanyura amategeko no gutora abigeme bazokwitabira iryo higanwa no gutora ibizogenga abazitoza muri Miss Burundi ku rwego rw’igihugu ; 3.	Gushiraho urwego ruzoshiraho amategeko agenga ihiganwa rya Miss Burundi kugira hakurikizwe uburenganzira bwa bose haba kubatunganya iryo higanwa canke abazoryitabira.
MUSIC : « Indirimbo zisubiwemwo zose z’umuhisi Hakizimana j.Berchmas nizifutwe hose »,bisabwa n’abasigwa biwe
Yagaragaye cane mu gihugu c’Uburundi biciye ku ndirimbo ziwe, abakunzi b’umuziki bakamwibukira ku mpanuro,ubutumwa bw’urukundo biranga indirimbo ziwe zigiye zitandukanye nka (Kwiriba ry’Urukundo, Kira se Mawe, Kirezi c’Umugenzi na Umusaraba w’Urukundo) akaba ari zimwe mu ndirimbo z’umuhisi Jean Berchmas HAKIZIMANA.
Imyaka 26 inyuma y’urupfu rwiwe, indirimbo ziwe zagumye mumitima y’abakunzi b’umuziki ku mpande zine z’isi, binatuma umuntu agenda azumva aho abakunzi b’umuziki bakoranira, zisubirwamwo na bamwe na bariya muma « karaok » ndetse n’abaririmvyi bo mu runganwe rushasha bakifuza kuzisubiramwo. Ni muri iyo ntumbero yo gukingira ibikorwa vy’umuhisi Jean Berchmas HAKIZIMANA, bivanye nuko indirimbo ziwe zagiye zirasubirwamwo n’abaririmvyi batandukanye nka Chazy Cool, Big Fizzo, Vivi batazira Muyonda na R Flow,umuryango usirwa n’uwo muhisi watanze ikiganiro kubanditsi n’abamenyeshamakuru na cane cane batera ivyatsi iyo ngendo yo gusubiramwo izo ndirimbo ataruhusha babifitiye canke abo batavuganye nuwo muryango. Murico kiganiro, uwusanzwe arongoye umuryango w’abaririmvyi (Amical des musiciens) niwe yatanguye gufata ijambo ati : « abaririmvyi bakera baritanga cane mu gukora indirimbo zikwije muri vyose, umudiho, ubutumwa, vyanabafata umwanya munini kugira indirimbo zabo zisohoke kubera ubuhinga butari bwatere imbere,ariko abaririmvyi ba kino gihe, bamye barenga amategeko mu gusubiramwo izo ndirimbo ataruhusha babifitiye ndetse bakirengagiza inguvu uwayiririmvye aba yakoresheje, kubwivyo ndasavye nshimitse ko iyo ngendo yosezererwa burundi ». Imfura y’umuhisi Jean Berchmas HAKIZIMANA, ari nawe yaserukiye umuryango yunganiye ati : « kuva mu mwaka wa 2012, igihe abaririmvyi bamwe bamwe batangura gusubiramwo indirimbo zacu, twarituye umuryango w’abaririmvyi kugira babihagarike mugabo ntaho vyashitse,dushimye gusubira kugaragaza umubabaro wacu uyu mwanya bivanye nisubirwamwo ryindirimbo Umusaraba w’urukundo n’umuririmvyi R Flow, bitayeko n’ibimenyeshamakuru bigaca bishigikira iyo ngendo mukuyivuza cane ». Arongera ati : « dusavye dushimitse ko indirimbo zose z’umuvyeyi wacu zasubiwemwo ko zoba zirahagaritswe kumbuga zose ziriko, ndetse no kuvuzwa ku ma radiyo no ku mboneshakure zitandukanye mukurindira ko tuvugana nabo baririmvyi nyene kuzisubiramwo. Twashimye kwitura umuryango w’abaririmvyi kugira uduhuze, ataruko tuzokwitura ubutungane ». Tukabibutsako umuririmvyi R Flow aheruka kumenyesha ko afitiye icubahiro kinini umuryango usirwa n’umuhisi Jean Berchmas HAKIZIMANA, ari naco catumye imbere yuko asubiramwo indirimbo « Umusaraba w’Urukundo » yabanje kuriha amahera angana n’ibihumbi ijana mu muryango w’abaririmvyi, kugirango aze gusahiriza uwo muryango, akanamenyesha ko yiteguriye kuyaga nabo kugira batorere inyishu ico kibazo
MUSIC : Ese woba uzi umuhinyanyuzi Amir pro uwariwe ?
Indirimbo iyo yagiye kumugaragaro, hari uwayanditse, uwayiririmvye  ndetse n’uwuyihinyanyura ariwe bita “umuhinyanyuzi w’umuziki”. Akazi kiwe akaba ari ako gutondeka amajwi y’abaririmvyi, ay’ibicurarangisho vyose biri mu ruririmbo. Ni muri iyo ntumbero yo kumenya bamwe muri abo bahinga bahinyanyura umuziki mu Burundi, imboneshakure yanyu NAWE TV, biciye mu kiganiro “Indoto yanje mu muziki” twagendeye  umwe mubahinyayuzi b’umuziki bo mu Burundi asanzwe azwi kw’izina rya Amir Pro. Amir Pro, izina ryiwe ry’ukuri yitwa “ Mugisha Amir”. Yavutse igenekerezo rya 21 Nzero 1987 mu Buraruko bw’igihugu c’Uburundi mu ntara ya Muyinga. Yatanguye amashuri matomato mu Ngagara, ikaritiye ya 3, amashuri yisumbuye yayize kw’ishuri COMIBU mu Buyenzi. Igice ca kabiri c’amashuri yisumbuye yacize kw’ishuri ITELETIQUE aho yakurikiranye ivy’ubuhinga bwa none (informatique de maintenance). Aca aheza ico gisata mu mwaka w’2005. Ibijanye no guhinyanyura umuziki, Amir Pro yabitanguye mu mwaka w’2003 akiri muto afise studio ntoyi y’amakaseti : “Intango ya vyose, naguze imashini (ordinateur), nsanga irimwo logiciel yo gukora umuziki yitwa “Fruity Loops studio”, niho umubanyi wanje yaca ambwira ko azi uko bayikoresha, aca aranyigisha ntangura kuyikinisha. Instrumental yambere nakoze niy’umurwi witwa Génération 80”. Uko yatanguye ivyerekeye umuziki na cane cane ubuhinyanyuzi. Ubuhinyanyuzi nyezina yaciye abutangura mu mwaka w’2006 mu nzu yitwa “Studio One”, ari naho yakoreye ururirimbo rwiwe rwa mbere rwamenyekanye cane “Uramumbwirira” rw’umuririmvyi Yoya Jamal. Amir yibuka uko vyagenze ati : “ Yoya Jamal nincuti yanje ikomeye, kanatsinda ni muvyaranje, twiganye amashure, twiga mwishure rimwe ndetse ico gihe yarakunda kuririmba cane aho yama ari kuri studio iwanje arikumwe n’abasore ubu babaye abaririmvyi bakomeye nka Franck G80 na Cédric Tubane bazi kw’izina rya T-Drick asigaye ari umuhinyanyuzi nawe”. Arongera ati : “ jewe naba ndiko nkora ama “Instrumentales”, abo basore nabo banguma iruhande baririmba, T-Drick abavugiriza I guitar, niho numva ko babishoboye cane haca haza iciyumviro c’uko twokora izondirimbo muri studio”. Mu mwaka w’2007, Amir Mugisha yaciye ahindura inzu y’ubuhinyanyu aja mu yitwa Big Sam, aho yaciye akorana n’abaririmvyi batandukanye nka Fizzo, umurwi Wakali Power na Etoile du Centre, ku ndirimbo zabo zamenyekanye cane nka “Watasema sana ” na “ Usiskie coras ”,aho agira ati : “ ico gihe umuziki warutanguye gutera imbere cane kubera abo basore, Big Fizzo niwe yatanguye gusohora indirimbo, Wakali Power nabo baramwishure, ni naho umurwi wa Etoile du Centre nabo baciye baza dukora indirimbo bishura Big Fizzo na Wakali Power vyatumye izina rya Amir Pro rikura cane”. Uwo mwaka nyene yaciye atumwako mu gihugu c’Urwanda aho yaciye akora mu nzu y’ubuhinyanyuzi yitwa Ubuntu Studio. Aho akaba yakoranye n’abaririmvyi nka Tom Close n’abandi baririmvyi benshi bo muri ico gihugu. Amir Pro yagarutse mu gihugu c’Uburundi mu mwaka w’2009, aho yatanguje inzu nshasha y’ubuhinyanyuzi " Inanga Records ". Iyo nzu akaba yayitanguye afadikanije n’uwundi yitwa Big Bass asanzwe nawene ari umuhinyanyuzi, ikaba yaciye imenyekanisha abaririmvyi nka : Sat-B, Emery Sun, umurwi Generation 80, Mkombozi n’abandi. Ninaho yiyumvira kwuguruye inzu nshasha ya M.A Production mu mwaka w’2010. M.A akaba ari impfunyapfunyo y’amazina y’uwo muhinyanyuzi Mugisha Amir, aho yaciye akorana n’abaririmvyi bakomeye iki gihe :” maze gutandukana na Big Bass nkagira studio rwanje, niho naciye menya urunganywe rushasha rw’abaririmvyi nka M.B Data, aho yaje azanywe n’uwitwa Pax batazira Kiyuku, aho nanje numvise ko abishoboye nca niha umugambi wo kugumana nawe dukorana. Inyuma, Amir Pro yaciye aja mu yindi nzu y’ubuhinyanyuzi iri k’urundi rwego yitwa Afro Music Studio  muri uyu mwaka w’2013,  yasanze umuhinyanyuzi mpuzamakungu yitwa Bashir Dia :” Studio ya Afro Music yaje izanye ivyuma nama programme tutari tumenyereye, bica bintuma shaka kuja gukorayo kugira ndahungukire ubumenyi”. Arongera ati : “Bashir Dia twari dusanzwe tuzinanye kuva muri studio ya Tanganyika aho nakorayo ama instrumentales, ni naho muriyo studio nahigiye gukora “ Music Live” aho nakoranye cane n’umurwi Peace and Love ku ndirimbo yabo yakunzwe cane yitwa ntabundi buhinga ". Uwo muhinyanyuzi yavuye muri Afro Music agaruka muri M.A production aho ari gushika uno musi : “ nagarutse munzu yanje ya M.A Production kubera nashaka gukora indirimbo nisanzuye ivyo ntakora muri Afro Music, kuko hoho nakorera uyundi muntu, ca nshika nkora indirimbo na Sat B yitwa "No Love” yatumwe studio isubira ku rwego ruhanitse mugabo ikintu gishasha naje nzanye n’umudiho mushasha wa Dancell nje kwishura ku bibazo vyaba djs bavuga ko imiziki yabarundi idatambika, arico gituma batazivuza mubutambiro". Amir Pro azwi nk’umuhinyanyuzi  afise urutoki (Touch) rudasanzwe. Ivyo nawe nyene akaba avyishimira. “Ndanezerezwa n’akazi nkora kanatsinda ndagakora ndagakunda. Kwumva indirimbo nahinyanyuye zigenda mu mahiganwa yo muri Afrika y’Ubuseruko zigafata ikibanza biranezera cane”.Indirimbo yakoze zigeze kure no mu mahiganwa mpuzamakungu hariho nka “Rufuku” y’umuririmvyi Kiki Touré. Tukabibutsa ko Amir Mugisha amaze kuronka ubushimwe butandukanye, buhabwa umuhinyanyuzi yakoze neza. Uwo muhinyanyuzi amaze kuja mu murwi utanga amanota mw’ihiganwa Primusic incuro 3, (2013, 2014 na 2919) ndetse no mw’ihiganwa Isanganiro Awards.
Big fizzo ati : nta kibazo nakimwe mfitanye na sat b
Umuririmvyi w’umurundi benshi bazi kwizina rya Big Fizzo canke Fizzo, asanzwe abarizwa mugihugu c’ubutaliyano, yatanze ikiganiro k’urubuga ngurukana bumenyi rwiwe (Facebook) kuruyu wa 25 gitugutu 2019, aho yagiye atanga amakuru y’iwe ndetse yishura no kubibazo biyandukanye.
Ico kiganiro ca tanguye igihe c’isaha indwi (13h) kigenda kurangira isaha icenda (15h) zo kumuhingamo, aho yatanguye aramutsa abakunzi biwe aho baherereye kw’isi yose, anabemerera ko igihe azoba atari hafi yabo azoza arabaha ikiganiro biciye k’urubuga rwawi rwa Facebook buri misi y’Imana. Abakunzi biwe bagiye baramubaza ibibazo bitandukanye na cane cane kuvyerekeye amajambo yanditse bivanye n’ikiganiro mugenzi we Sat B yatanze ku nsamirizi imwe yo mu gihugu ca Tanzania, Fizzo yishuye ati : " birya n’ibintu bisanzwe kandi bishika, niko kazi dukora". Arongera ati : " nagomba mbwire abantu ko atangorane nimwe iri hagati ya jewe na Sat B, gusa ni mwebwe abantu mwiyumvira ibintu vyinshi mukibaza n’ibibazo mutokwibajije, Sat B, n’umuvukanyi wanje duhuza ivyiyumviro bimwe vyo guteza imbere umuziki". Ku kibazo c’uko Big Fizzo adashiramwo amahera menshi mu muziki kugira akorane n’abaririmvyi mpuzamakungu,yishuye ati : " gushiramwo amahera mu muziki siko guca utera imbere, hari abantu benshi bashizemwo uburyo bwabo biranka,igikuru n’ukuba ufise impano( talent), ugaca unakora cane ukitanga wese". Arongera ati :" jewe Fizzo mu myaka iheze, narashizemwo amahera nkorana indirimbo n’umuririmvyi wo muri Nigeria yarakomeye cane ico gihe yitwa "Ice Prince" nkiyikora nari nibaza ko izonshikana k’urundi rwego, ariko siko vyagenze, ahubwo vyampaye icirwa,ni naco gituma nama mvuga nti ikintu cose n’umwanya waco". Ku kibazo cuko Fizzo adashaka gukorana indirimbo n’umuririmvyi wo hanze akomeye, yishuye ati :" ndabishaka cane gukorana n’abaririmvyi mpuzamakungu, mugabo sinzobikora   kugira jewe ngume ntera imbere, ahubwo nzobikora kugira i bendera ry’igihugu canje rihungabane mu makungu". Yabandanije y’ishura ibibazo na cane cane ku cerekeye igituma abaririmvyi ba barundi bataboneka mu biteramo mu bindi bihugu, yishuye ati : " abaririmvyi babarundi ntituja mubiteramo bikomeye hanze y’igihugu kubera ko mur’ivyo bihugu ntibatuzi, bavuza indirimbo zabo gusa twebwe nta kibanza baduha, bitandukanye no ngaha iwacu, nitwe tugirira publicité abaririmvyi bo hanze, uja mu butambiro indirimbo zabo nizo zivuzwa, kuma radiyo usanga umumenyeshamakuru ariko avuga ubuzima bw’umuririmvyi wo hanze atanamuzi, bigatuma abo baririmvyi bo hanze baca baza ku bwinshi mugihugu cacu, none ngaho mwibaza ko tuzotera imbere gute ?". Ku bamusavye ibikorwa agiye gukora,yishuye ati :" hari indirimbo shasha zigiye kuza ndetse ndafise imigambi yo gukorana na mugenzi wanje Lolilo twafatanije urugendo kuva kera nkuko abakunzi babidusavye". Yarangije asubira gushimira abakunzi b’umuziki w’Uburundi abasaba kubandanya bafatana munda ati :" imbere ni heza".
Umuririmvyi ni nk’ikiraro bacako kugira bashikane ibibazo n’intererano zo muri societé
Mu kiganiro Indoto yanje Mu Muziki  twakoranye na Ndayizeye Arnaud azwi cane kwizina rya Arnovic , umwe ari mu murwi w’abaririmvyi bo mu runganwe rushasha " Nouvelle Génération, yaratuyagiye vyinshi kukazi kiwe k’umuziki agenda arishura nibibazo bitandukanye. Uyu musore yavukiye mu muryango wabana batatu, umuziki yawukunze kuva akiri muto aho yagenda arumviriza abandi baririmvyi, bikanamutuma aza arabigana gushika aho yigira inama yo kurondera uko nawe yotangura kwiga kuririmba. Tumubajije aho yatanguriye gusohora indirimbo ziwe, yatwishuye, " _Jewe naragize amahirwe adakunze kuronkwa na bose, kuko nasohoye indirimbo mu mwaka wa 2017 na 2018, zica zirakundwa cane najewe kurugero ntari niteze, vyanantumy nca mbandanya nshiramwo inguvu nyishi". Aho murizo ndirimbo twovuga nkiyakunzwe cane ariyo " Pole pole". Yarabandanije atubwira vyinshi, cane cane ku migenderanire afitaniye nabandi baririmvyi, " jewe mbanye neza nabandi baririmvyi muri rusangi,mugabo ndafise ubucuti bukomeye nabaririmvyi bo mu runganywe rushasha najewe ndimwo, kuko turaja hamwe tukiga ibibazo biduhanze kanatsinda duheruka no gusohora indirimbo turi hamwe twese Sumunyenga " Arongera ati" abaririmvyi bo murunganwe rushasha, twakomeje ubucuti kubera ko twabonye ko muri bakuru bacu hari utugorane tumwe tumwe, ko womenga ntibakundana hagati yabo,bivuye muguterana amajambo,bigatuma batoyi babo bibaza bati turiko tuva he, turiko tuja hehe". Ku bakunze kuvuga bati, Arnovic indirimbo ziwe azirabisha kumurwi umwe ariwo murwi wabigeme, yishuye " kubibaza ivyo, sivyo nagato. Jewe mundirimbo zanje, ubutumwa nyamukuru nuguhanura imice yose y’abantu, kuko kuba umuririmvyi, uba uri nkikiraro bacako kugira ibibazo biri mukibano bitorerwe inyishu". Ni nako yarangije ashimira abantu bose bamufata mu mugongo kugira ibikorwa vyiwe bibandanye biterimbere, aho yamenyesheje ko ata management afise imufasha, " jewe nta management mfise ndirihira vyose, mfise incuti n’abagenzi nibo biyungunganya nkaronka uburyo bwo kuba muri studio mugabo n’uwondondera ngo dukorane nka management twoja inama tukaraba uko twokorana twese dutunganiwe muvyo dusaba" Tukabibutsa ko umuririmvyi Arnovic, aherutse kuronswa agashimwe ka *Best Upcomming* uyu mwaka katanzwe na B.M.A .
Ata rukundo ruri yagati yabo, umuziki wo muburundi ntuzotera imbere
Mu kiganiro Indoto yanje Mu Muziki twakoranye n’umwe mubavangavanzi b’imiziki Dj Chento ; yatuyagiye vyinshi bitandukanye, ndetse aranagaruka ku ntambamyi nyishi ahura nazo iyo ariko akora akazi kiwe mu bihugu vyo hanze.
Kuvyerekeye urugero umuziki w’Uburundi uvuzwa mu bihugu vyo hanze, yagiriyeko atanga impanuro kubaririmvyi ba barundi ati" abaririmvyi bamwe bamwe ba barundi,nta rukundo bafitaniye kuko ntibafashanya mu bikorwa vyabo nkuko abandi bo mu bindi bihugu babikora". Arongera ati" n’iyindi ngorane ihari, benshi nta Management bafise bigatuma batamenya kwidandaza bikwiye kugira bamenyekane mu makungu, natwe ucusanga iyo tuvugije imiziki yabo atabantu bayimenye". Kuvyerekeye urwego abavanga imiziki Djs ba barundi bagezeko,  agira ati" aba Djs ba barundi bageze k’urwego rushimishije cane ndetse aho bo nahiganwa n’ibindi bihugu vyo mu karere, gusa ikibazo kihari nta buryo bararonka kugira baze barasohoka igihugu kuja guhiganwa n’ibindi bihugu".  Tumubajije kuvyerekeye ibindi biteramo agiye gukora mumpera z’uyu mwaka, yagize ati" imbere yuko nsubira mu gihugu c’Ubwongereza, ndafise igiteramo ca #POOLPARTY kizoba igenekerezo rya 26 gitugutu kuri Safari Gate, mugabo ntibibuza ko nshobora kugaruka basubiye kunyiyumvira". Tukabibutsa ko uwo muvangavanzi w’imiziki Dj Chento asanzwe aba mu gihugu c’Ubwongereza mu gisagara ca #Liverpool, akaba amaze imisi mu gihugu ciwe c’amavukiro aho yaje mubirori vya Octoberfest aho yari yatumweko na #NowCreative.
Umwami wa Maroc yagiriye ikigongwe umumenyesha makuru yafunzwe yagirizwa gukorora inda
Umwami Mohammed VI, yagiriye ikigongwe umumenyesha makuru Hajar Raissouni, yaheruka guhanishwa ugufungwa umwaka kubera gukorora inda bidaciye mu mategeko n’ugukora imibonano mpuzabitsina imbere y’ubugeni, ico kigongwe,cashizwe ahabona mw’itangazo ryo kuri uyu wa gatatu itarike 16 gitugutu.
Uwo mwigeme w’imyaka 28 yaciye asohoka ibohero  kuri uyu wa gatatu nyene , yarafunganywe n’umusore ya muteye inda n’abaganga babiri bamufashije kuyikurayo. Imiryango yabo ikaba yakiriye neza irekurwa ry’ababo baca baja no kubakira, kuri uwo mugoroba nyene i foto y’uwo mumenyesha makuru Hajar Raissouni yidegemvya yaciye ikwiragizwa ku mbuga ngurukana bumenyi aho muri Maroc. Kuri iyo foto habonekako uwo mwigeme atwenga cane afise ishurwe mu ntoke nayo intoke ziwe yazikoresheje ikimenyetso c’intsinzi. N’intsinzi rero kuri uwo mwigeme n’umusore bagendana, kuri abo baganga, kubaharanira agateka ka zina muntu no kubaharanira agateka k’abakenyezi batahengeshanya gusaba ko abo bantu borekurwa. Mu ntumbero yo gufasha uwo mwigeme Hajar Raissouni kugira arekurwe abantu ibihumbi 10 nibo bari abasinye ku rwandiko rusaba irekurwa ryiwe. Agifatwa uwo mumenyesha makuru yavuze ko ifatwa ryiwe rifitaniye isano n’akazi kiwe kuko yakorera ikinyamakuru cegereye abatavuga rumwe na leta. Uwo mumenyesha makuru yari yahagaritswe kuva itarike 30 nyakanga uwu mwaka.
 Agaseke gashasha kisubiriza kaboneka muri Econet Wireless 
Ishirahamwe Econet Wireless muri kwa kudahengeshanya kubazanira ibintu bishasha hamwe no muri wa mugambi wayo witiriwe Tubwire, mu ntumbero yo kwerekana ko mwayibwiye kandi yumvise none yiteguye kubishura, ubu naho yahisemwo kuborohereza ubuzima aho yazanye akandi gaseke gashasha kisubiriza ku mafaranga igihumbi ukaronka 1,5GB imara amasaha 24 hama ikisubiriza. Mu kugira ushobore gukoresha ako gaseke kisubiriza, ufyonda *405*7*1*2# hama hakagenda amafaranga 1000 gusa. Bizoca bituma misi yose ukwo hageze isaha zitandatu zijoro ako gaseke nyene kisubiriza utarinze gusubira gufyonda vya biharuro *405*7*1*2# gutyo hakazoca hama hagenda amafaranga 1000 ukwo ako gaseke kisubirije. Ako gaseke kangana na 1,5GB kisubiriza sa sita zijoro hama kakamara amasaha 24 gutyo akandi kagaca kisubiriza ubwo nyene kandi uwagashizemwo ashobora gukoresha internet mu kwugurura ivyo ushaka vyose.
PRIMUSIC : Bose 12 basigaye mw’ihiganwa bariko baramenyerezwa n’abahinga
Ishirahamwe Brarudi ribicishije mu kinyobwa Primus ryateguye ihiganwa Primusic aho ryashize kumugaragaro abahiganwa cumi na babiri kuva yaho iryo higanwa ritanguriye mu ntara zose zigize igihugu c’uburundi none bakaba bageze mu gice ca kabiri gishira icanyuma. Nkuko iryo higanwa ryateguwe, ugutorwa kwabo cumi na babiri vyakozwe n’umurwi ujejwe gutanga amanota ariko ubu bageze mu gice ca kabiri gishira icanyuma batorwa n’abakunzi babo kandi buri umwe wese afise inomero bamuhaye kugira abazomutora bizoborohere, kw’ijambo primusic wongerako iyo nomero (“primusic1 canke primusic2 kubandanya gushika kuri primusic12”) hama ugashobora kurungika ubutumwa (SMS) ukoresheje umuhora wa Econet Wireless hamwe n’umuhora wa Smart ku nimero 190. Birekuriwe gutora rimwe gusa kandi bizohera itariki 21 Mukakaro. Hari n’ubundi buhinga bwo gutora ukoresheje ya aprikasiyo yo muma terefone yitwa Primus Burundi. Twobibutsa ko mur’abo 12 begeranirijwe hamwe mu nzu ya Brarudi kugira bamenyerezwe kuririmba babifashijwemwo n’abahinga gushika ku musi w’ihiganwa hama inyuma yaho hategerezwa kuzosigaramwo 6 gusa bazobandanya mu gice canyuma c’ihiganwa kuko ihiganwa ry’igice ca kabiri gishira icanyuma gitegekanijwe ku w’Imana igenekerezo rya 21 Mukakaro mu ntara ya Gitega
Jewe nishakira kugira studio yiwanje hamwe na mariage nziza
Ihiganwa rihuza abafise impano mu muziki mu Burundi ritegurwa n’ikinyobwa Primus ariryo PRIMUSIC ryagendereye intara zose z’Uburundi aho buri ntara yagiye itorwamwo abazoyiserukira mu mahiganwa azokurikira. Ni mwiyo ntumbero nyene Agence NAWE yateguye ikiganiro ciswe INDOTO YANJE MU MUZIKI mu ntumbero yo gushaka gushikana kure hashoboka ijwi ry’abo bagiye baratsinda mu kubaha umwanya naho bavugira. Nkuko ata muntu abaho adafise indoto z’ivyo ashaka gushikako mu buzima bwiwe, ni nako abo baririmvyi nabo bafise indoto z’ivyo bipfuza kuzoshikako mu buzima bwabo ahanini nka hamwe botsindira za miriyoni 25 zizohabwa uwambere azotsinda. Umwe mubafise indoto n’uwitwa Abichai yaserukiye igisagara ca Bujumbura muri PRIMUSIC. mushobora no kuraba video yiwe
Urwaruka rw’abadiventitse mu gikorwa c’Imana n’icigihugu
Mu ntumbero yo kwitegurira ibirori vyaho Uburundi bwibuka itariki bwikukiyeko y’igenekerezo rya mbere Mukakaro 1962, urwaruka rw’abadiventitse b’umusi w’indwi rwo mu Burundi abo bita Jeunesse Adventiste (J.A) ntirwasigaye inyuma aho ku butumire bafise rizoba ribaye irya kabiri bitabira ibirori ben’ivyo bikaboneka ko ubu imyiteguro ari yose kuko biyemeje kwerekana kandi ibirori vyiza mu kw’ifatanya n’abarundi bose guhimbaza uwo musi mukuru. Bivanye n’icivugo c’urwo rwaruka rw’abadiventitse haba mu Burundi canke kw’isi hose aho bavuga ko bari ku gikorwa c’Imana n’icigihugu, ibikorwa vyabo n’ivyo gukorera Imana bakongera bagakorera n’igihugu cabo mu mice itandukanye igize ubuzima bw’igihugu. Mu mwaka uheze mu birori nkivyo vyo guhimbaza umusi Uburundi bwikukira, urwaruka rw’abadiventitse b’umusi w’indwi bo mu Burundi barerekanye ibirori aho banaronkejwe agashimwe bagahawe n’umukuru w’Igihugu inyuma yo gushimishwa n’ingene berekanye ibirori vyiza kandi bikaba vyabonetse kw’abantu benshi batari bwabibone atari gusa ku basirikare n’abapolisi.
Abanye cibitoke bakeneye ishingwa ry’isamirizi yitiriwe PRIMUSIC
Intara ya cibitoke yarakiriye kur’Uno wa 13 Rusama 2019 ihiganwa rya PRIMUSIC aho ryari rigeze ku munsi wanyuma w’amajonjora ,aho mur’ iyo ntara hiyandikishije abashika 52 barimwo abigeme 6,abagendana ubumuga 6 nabo mu bwoko bw’abatwa 5 Abahiganywe n’abakunzi b’umuziki basavye ishingwa ry’iradiyo ya PRIMUSIC "PRIMUSIC n’iryo higanwa ryonyene riha akaryo abaririmvyi kwerekana  impano yabo rikongera rikabafasha no gushitsa indoto zabo ninaco gituma hakenewe ishingwa ry’ iradiyo ya  PRIMUSIC kugira ibikorwa vy’abaririmvyi bigume bigaragara biciye kuri iyo nsamirizi"Niko batumenyesheje Umugwi ujejwe gutanga amanota umaze kwumviriza abahiganywe waciye utora babiri bazoserukira iyo ntara aribo Blaise Éloi Dusabe na Éric Nduwimana. Gutora abazoserukira intara ya cibitoke birangiye hakurikiye igiteramo c’agakura caremeshejwe n’abaserukizi ba PRIMUSIC aribo Big fizzo na Sat-b baherekejwe n’umurimvyikazi Miss Erica Ku kibuga c’umupira w’amaguru co muri komine ya Rugombo Mu ntara ya Cibitoke imbere y’abakunzi isinzi b’umuziki Ibirori vyagiye kurangirira Mu bunywero bw’umurwa mukuru w’intara aho abaserukizi ba PRIMUSIC bagenda baraca baramutsa bongera basangira agacupa ka PRIMUS N’abanyacibitoke
BUBANZA,intara y’abahinga Mu muziki
Intara ya Bubanza yo muburengero bw’igihugu yarakiriye kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 13 Ruheshi 2019 ihiganwa rya PRIMUSIC ritegurwa n’ikinyobwa PRIMUS Ku munsi waryo wa mbere w’indwi ya Kane Mu ntara z’uburengero bw’igihugu Muri iyo ntara abashika 53 nibo biyandikishije barimwo umwigeme umwe, abagendana ubumuga bane hamwe n’abo Mu bwoko bw’abatwa 6 Umurwi utanga amanota umaze kwumviriza abahiganwa waciye uhitamwo babiri bazoserukira iyo ntara aribo Abdoul Karim hakizimana na Cedrick Ndayizeye kugira bazoserukire iyo ntara murindi higanwa rya PRIMUSIC rikurikira. Gutora abazoserukira intara ya Bubanza birangiye hakurikiye igiteramo gikomeye caremeshejwe n’abaserukizi  ba PRIMUSIC aribo Big fizzo,Satb hamwe n’umwigeme w’umuririmvyikazi Miss Erica, igiteramo cabereye ku kibuga c’umupira w’amaguru co muri komine Mpanda y’ntara ya Bubanza kikaba cari citabiriwe n’abakunzi isinzi b’umuziki Bari baje baturuka Mu ma komine yose y’intara ya Bubanza aho vyaboneka ko Bari bahimbawe nokubona Abo baririmvyi b’ibihangange b’abaserukizi ba PRIMUSIC baje kubateramisha Mu ntara ya Bubanza Ibirori bikaba vyasozerewe Mu bunywero bwo ngaho Ku murwa w’intara ya Bubanza aho abaserukizi ba PRIMUSIC bagenda baraca bayaga n’abakunzi b’umuziki bo ngaho Mu ntara ya cibitoke aho bayaga bakongera bagasangira agacupa ka PRIMUS ubonako n’igiciro cako cari cagabanijwe Iryo higanwa rya PRIMUSIC rikaba rizobandaniriza Mu ntara ya Cibitoke Ku munsi wa kabiri w’indwi ya Kane
Urutonde rw’ingene vyagenze ku mareresi yari mw’ihiganwa mur’urukurikirane rugira 11 rwa FESTICAB 2019
KU MUCE W"IZO MU BURUNDI Ireresi nziza yambere yo mu Burundi : "INTIMBA Y’IMPFUVYI" ya ASMANI GAHUNGU Agashimwe kadasanzwe ka BCB kw’iterambere : "THEO" ya Yusuf KAZOSI Isanamu nziza : "JOSHUA" ya Ferdinand NIYONGERE Ijwi ryiza : "MON ARME" ya Thierry NDIKURIYO Uguhinyanyura neza amasanamu : "THE THIRD AGE" na Yves NIJIMBERE Ukwigana neza mu kibanza c’umwigeme : Lydia IGIRANEZA mu kibanza ca Naomie mw’ireresi "INTIMBA Y’IMPFUVYI" ya GAHUNGU Asmani Ukwigana neza mu kibanza c’umugabo : Ismaïl SOULEIMAN mu kibanza ca Jimmy mw’ireresi "INTIMBA Y’IMPFUVYI" ya GAHUNGU Asmani KU MUCE W’IBIGANIRO MPUZAMAKUNGU Ireresi y’ikiganiro mpuzamakungu : "LE CIMETIERE DES ELEPHANTS" ya Eléonore YAMEOGO. Agashimwe kadasanzwe :"KINSHASA MAKAMBO" ya Dieudo HAMADI na "LE PERE DE TILAI" ya Michel KUATE KU MUCE WA MPUZAMAKUNGU ZIMARA UMWANYA MUTO Ireresi nziza y’umwanya muto : "UN AIR DE KORA" ya Angèle DIABANG Agashimwe kadasanzwe : "BLACK MAMBA" ya Armel GUELLATY KU MUCE WA MPUZAMAKUNGU ZIMARA UMWANYA MUNINI Ireresi nziza y’umwanya munini : "FATWA"  ya Mahmoud Ben MAHMOUD Agashimwe kadasanzwe : "THE MERCY OF THE JUNGLE" ya Joel KAREKEZI Isanamu nziza :"FIVE FINGERS FOR MARSEILLES" ya Michael MATTHEWS Ijwi ryiza :"A LA RECHERCHE DU POUVOIR PERDU" ya Mohammed Ahed BESOUNDA Ukwigana neza mu kibanza c’umwigeme : Mariam TRAORE mu kibanza ca Yasmine mw’ireresi "LA REPUBLIQUE DES COROMPUS" ya Zampaligre SALAM Ukwigana neza mu kibanza c’umugabo : Rady GAMAL mu kibanza ca Beshay mw’ireresi "YOMMEDDINE" ya Abu Bakr SHAWKY.
Abigeme babiri nibo bazoserukira intara ya Bururi mw’ihiganwa rya PRIMUSIC 
Ihiganwa rya PRIMUSIC ritegurwa n’ikinyobwa PRIMUS ryarabandanije Ku munsi waryo ugira Kane w’indwi ya gatatu ikurikirana mu ntara ya Bururi Mu bumanuko bw’igihugu Muri iyo ntara hiyandikishije abashika 46 barimwo abigeme 6,umusirikare 1, abagendana ubumuga 3 n’abatwa 3 Umurwi ujejwe gutanga amanota  umaze kwumviriza abahiganwa wahisemwo Noria Ishimwe na Iris Hazamahoro kugira baserukire intara ya Bururi Mu kindi gice c’ihiganwa bose akaba ari abigeme, akaba ari n’ubwambere kuva ihiganwa ritangura intara iserukirwa n’abigeme gusa. Inyuma yo gutora abazoserukira iyo ntara ya Bururi hakurikiye igiteramo c’agakura caremeshejwe n’abaserukizi ba PRIMUSIC aribo Sat-b na Big fizzo baherekejwe n’umwigeme Channy Queen Ku kibuga c’umupira w’amaguru ca kabuye co ngaho Mu ntara ya Bururi cari cuzuye abakunzi b’umuziki Bari buzuye batamba batarika Ibirori bikaba vy’abandanirije Mu bunywero bwo ngaho Mu ntara ya Bururi aho abaserukizi ba PRIMUSIC bagenda baraca baramukanya n’abanyabururi bongera basangira akarahuri ka PRIMUS Iryo higanwa PRIMUSIC bikaba bitegekanijwe ko rigiye kubandaniriza Mu ntara za Bujumbura benshi bita Bujumbura rural na Bujumbura Mairie. Kuri uyu wa 08 na 09 ruheshi 2019
Abanyarumonge bakeneye PRIMUSIC ko yoba isabukuru mpuzamakungu y’umuziki
Intara nshasha ya Rumonge yarakiriye kur’uno wa kane, igenekerezo rya 06 ruhenshi 2019 ihiganwa rya PRIMUSIC ritegurwa n’ikinyobwa PRIMUS aho ryari rigeze ku munsi waryo ugira gatatu w’indwi ya gatatu. Muri iryo higanwa mu ntara ya Rumonge abiyandikishije bashika mirongo itatu na batatu barimwo abigeme batatu, abagendana ubumuga batatu n’abo mu bwoko bw’abatwa batatu. Abitabiriye iryo higanwa n’abanyarumonge basaye ko PRIMUSIC yoba isabukuru mpuzamakungu ry’umuziki. "Birakwiye ko PRIMUSIC yoba isabukuru mpuzamakungu ry’umuziki gutyo vyofasha kwereka amakungu ko uburundi bufise impano mu muziki" Niko batumenyesheje Inyuma yo kwumviriza abahiganywe, umurwi utanga amanota ukaba wahisemwo Bonnkin Mfisumukiza na Darlene Butoyi nk’abazoserukira iyo ntara mu gice c’ihiganwa rya PRIMUSIC gikurikira. Hakurikiye igiteramo gikomeye caremeshejwe n’abaserukizi ba PRIMUSIC aribo Sat-b na Big fizzo bari baherekejwe n’umurimvyikazi Chany Queen. Ico giteramo kikaba cabereye ku kibuga co ngaho mu Rumonge cari cuzuye abakunzi b’umuziki. Ibirori vyasozerewe Mu bunywero bwo ngaho mu Rumonge aho abaserukizi ba PRIMUSIC bagenda baraca mw’ubwo bunywero bayaga bongera basangira n’abanyarumonge. Iryo higanwa PRIMUSIC rikaba rigiye kubandaniriza mu ntara ya Bururi kur’uno wa 07Ruheshi 2019.
Abanyamakamba basaba ibiro vy’amaho vya PRIMUSIC
Ihiganwa rya PRIMUSIC ritegurwa n’ikinyobwa PRIMUS kugira ritezimbere abafise impano yo kuririmba mu gihugu cose ryarabandanije kur’uno wa wa gatatu igenekerezo rya 05 ruheshi 2019 mu ntara ya Makamba  Abiyandikishije muri iyo ntara bangana cumi na babiri bagizwe n’abahungu gusa Abahiganywe basavye ko hojaho inzu yahariwe PRIMUSIC "Harakwiye kubaho inzu yamaho yahariwe PRIMUSIC ku rwego rw’igihugu yogira n’abaserukizi buri ntara kugira ikurikirane iterambere ry’umuziki n’abanyamuziki ivyo vyofasha mu kumenya abafise impano y’umuziki hakiri kare" Niko batumenyesheje Umurwi ujejwe gutanga amanota umaze kwumviriza abahiganywe waciye uhitamwo babiri basumbije abandi muri iryo higanwa aribo Samuel Nduwimana na Justin Ndayishimiye. Abazoserukira intara ya Makamba murindi higanwa rya PRIMUSIC bamaze kumenyekana hakurikiye igiteramo c’agakura cabereye ku kibuga ci Makamba caremeshejwe n’abaserukizi ba PRIMUSIC Sat-b , Big fizzo n’umwigeme Chany Quenn yarabaherekeje, kikaba citabiriwe n’abakunzi b’umuziki isinzi. Ibirori bikaba vyarangiriye mu birabo vyo ngaho i Makamba aho abaserukizi ba PRIMUSIC bagenda baraca baramukanya n’abanyamakamba bongera basangira akarahuri ka PRIMUS Iryo higanwa rikaba rigiye kubandaniriza Mu ntara ya Rumonge kur’uno wa kane igenekerezo rya 06ruheshi 2019.
Abanyarutana bipfuza ko abigeme n’abasore bongana Muri PRIMUSIC
Ihiganwa rya PRIMUSIC rihuza abaririmvyi bo mu gihugu cose ritegurwa n’ikinyobwa PRIMUS ryarabandanije kur’ uno wa kabiri igenekerezo rya 5 ruheshi 2019 mu ntara ya Rutana ku munsi waryo wa mbere w’indwi igira gatatu.  Mur’ iryo higanwa mu ntara ya Rutana hiyandikishije abashika cumi n’umunani bagizwe n’abasore gusa. Abiyandikishije bakaba basavye PRIMUSIC ko yohinyanyura amategeko ayigenga kugira abigeme n’abasore bangane muri iryo higanwa "Harakenewe ko abigeme  n’abasore bongana muri iryo higanwa kugira hahimirizwe abigeme kuza kwiyandikisha ku bwinshi " Niko batumenyesheje Abajejwe gutanga amanota muri iryo higanwa bamaze kwumviriza abaririmba baciye bahitamwo babiri bazoserukira iyo ntara ya Rutana aribo Florent Igurukwayo na Euphreum Ndayizeye. Inyuma yo gutora abazoserukira intara ya Rutana hakurikiye igiteramo c’agakura caremeshejwe n’abaserukizi ba PRIMUSIC Sat-b na Big fizzo baherekejwe n’umwigeme chany Queen, ico giteramo kikaba cabereye ku kibanza c’isoko ya Rutana aho cari citabiriwe n’abakunzi isinzi b’umuziki ngaho Mu Rutana. Ibirori bikaba vyarangiriye mubirabo vyo ngaho mu Rutana aho abaserukizi ba PRIMUSIC bahaca bayaga bongera basangira akarahuri ka PRIMUS n’abanyarutana Iryo higanwa rikaba rizobandaniriza kur’ uno wa gatatu igenekerezo rya 5 ruheshi 2019 mu ntara ya Makamba.
Muramvya, intara irimwo impano nyinshi mu muziki
Intara ya Muramvya yarakiriye kur’ uno w’Imana igenekerezo rya 02 ruheshi 2019, ihiganwa PRIMUSIC ritegurwa n’ikinyobwa PRIMUS kugira ritezimbere abafise impano yo kuririmba. Mur’ iyo ntara hakaba hiyandikishije abashika 43 barimwo abigeme 4 muribo harimwo umupfasoni akuze arenza imyaka 47 yaje aturutse mu gihugu ca Tanzaniya aric’ asanzwe abamwo kugir’ ahiganwe n’abandi mu ntara yiwe y’amavukiro. Mu bahiganywe 43, umurwi utanga amanota wahisemwo babiri bazoserukira iyo ntara ya Muramvya mu rindi higanwa rikurikira aribo Toussaint Sinzikayo na Jade Claire Nduwimana. Abahiganywe bose barashimiye PRIMUSIC naho basavye ko yorushirizaho kubafasha "PRIMUSIC irakwiye kudufasha twebwe abanyamuramvya gushiraho ishure ry’umuziki kugira impano z’umuziki zibandandanye guterimbere" Niko batumenyesheje. Inyuma yo gutora abaserukira intara muri PRIMUSIC hakurikiye igiteramo c’agakura caremeshejwe na Sat-B arikumwe na Big fizzo baherekejwe n’umurimvyikazi Miss Erica. Naho imvura yari nyinshi, abakunzi b’umuziki bo ngaho i Muramvya ntaco vyari bibabwiye kuko batahengeshanije gutamba no guratarika. Ibirori vyagiye kurangirira mu bunywero bwo ngaho i Muramvya aho abaserukizi ba PRIMUSIC bagenda baraca bayaga n’abantamuramvya bongera basangira agacupa ka PRIMUS ubona ko kari kagabanijwe ibiciro. Iryo higanwa PRIMUSIC rikaba rigiye kubandaniriza Mu ntara ya Rutana kuri uno wa 04  ruheshi 2019.
Intara ya Gitega yitabiriye kubwinshi ihiganwa rya PRIMUSIC 
Kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya mbere ukwezi kwa ruheshi  umwaka w’ibihumbi bibiri na  cumi n’icenda,ihiganwa PRIMUSIC rihuza abaririmvyi bo Mu gihugu cose ritegurwa n’ikinyobwa PRIMUS ryarabandanije Ku Munsi waryo ugira gatanu w’indwi ya kabiri muri iyo ntara ya gitega umurwa mukuru wa politique  Muri iyo ntara iryo higanwa ryitabwe n’abantu isinzi aho abiyandikishije bashika 75 barimwo abigeme bane hamwe na cumi bagendana ubumuga Abari Mu murwi ujejwe gutanga amanota mw’ihiganwa  PRIMUSIC bamaze kwumviriza uko abahiganywe baririmvye bahihesemwo Guy Mizero na Ntihinduka Lydia nk’abazoserukira iyo ntara Mu rindira higanwa rya primusic rikurikira Abitavye iryo higanwa bashimishijwe naryo ariko bagasaba ko amahiganwa nkaya matomato yogwizwa "Iri higanwa PRIMUSIC  rirakomeye kandi turarishima cane uko ritegurwa ariko hari bakwiye ayandi mahiganwa matomato Ku rwego rw’ama komine kugira n’abaririmvyi bato bato bahatorere akoyoko"Niko bamwe Mu bitavye iryo higanwa batumenyesheje Bamaze gutorwa abazoserukira iyo ntara mw’ihiganwa rya PRIMUSIC rikurikira  hakurikiye igiteramo ca gakura cabereye ku kibanza bitiriye Ku ngoma Kiri hagati Mu gisagara ca gitega caremeshejwe n’abaserukizi ba PRIMUSIC sat-b na Big fizzo baherekejwe n’umwigeme miss Erica,  kikaba citabwe n’abakunzi isinzi b’umuziki i gitega baririmbana n’abaserukizi ba PRIMUSIC Ibirori vyagiye gusozerwa n’urugendo rw’abaserukizi ba Primusic bagenda baraca Mu birabo bitandukanye vyo ngaho i gitega bayaga bongera basangira n’abanyagitega Iryo higanwa rikaba rizobandaniriza Mu ntara ya muramvya kuri uno w’imana igenekerezo rya 02 ruheshi 2019
Mu ntara ya Mwaro umwigeme yenuriye abahungu bahiganwa muri PRIMUSIC
Ihiganwa PRIMUSIC ritegurwa n’ikinyobwa PRIMUS Mu ntumbero yo guteza imbere abafise impano Mu kuririmba ryari rigeze Ku munsi waryo ugira Kane w’indwi ya kabiri Mu ntara ya mwaro kuri uno wa 31rusama 2019 Mur’ iyo ntara abiyandikishije kugira bitabire iryo higanwa bangana mirongo ibiri na batandatu muri bo hakaba harimwo umwigeme umwe n’abagendana ubumuga batatu. Bompi  mirongo ibiri na batandatu bari bafise ishaka kandi bakaba berekanye ubuhinga budasanzwe mu kuririmbira imbere y’umurwi utanga amanota aho kubarushije abandi vyagaragaye ko umwigeme umwe yari yiyandikishije muri iryo higanwa yasa n’uwurusha bagenziwe bahiganwa. Uwo murwi uhejeje kwumviriza abahiganywe wahisemwo babiri bazoserukira iyo ntara aribo Lydia Irakoze umwigeme rudende yahiganywe aho yakurikiwe na Urlich Kagisye kugira Bose baserukire iyo ntara mw’ihiganwa rikurikira Abatowe muri iyo ntara bakaba bijeje abanyamwaro ko agashimwe kambere kazotaha i mwaro "Ntankenka imiliyoni 25 zihabwa uwambere zizotahukana umunyamwaro"Niko batumenyesheje N’abatagize amahirwe yo gutorwa bashimiye iryo higanwa  PRIMUSIC nabo basavye ko abaserukizi b’intara bokongerezwa "Babiri babiri Ku ntara baracari bake ugereranije n’ababa bafise ingabirano yo kuririmba n’iburiburi bogira bane"Niko babisavye. Ivyo gutora abaserukira intara ya mwaro Mu mahiganwa akurikira ya PRIMUSIC hakurikiye igiteramo c’agakura caremeshejwe n’abaserukizi ba PRIMUSIC Big fizzo na Sat-b Bari baherekejwe n’umurimvyikazi Miss Erica kikaba cabereye ku kibuga co Mu kigutu aho  i mwaro Aho abakunzi b’umuziki bari bahimbawe nabo baserukizi ba PRIMUSIC Mu kuririmba nabo bitabira. Ibirori bikaba vyarangiriye Mu bunywero butandukanye bwo ngaho i mwaro aho abaserukizi ba PRIMUSIC bagenda baraca baramukanya bongera basangira n’abanyamwaro basanze Mu birabo Iryo higanwa rikaba rigiye kubandaniriza Mu ntara ya GITEGA hagati Mu gihugu Ku murwa mukuru wa politique Kur’ Uno wa mbere ruheshi 2019 Ku munsi waryo ugira 5 w’indwi ya kabiri
I karusi bakeneye ko PRIMUSIC yokwamaho buri mezi atatu
Ihiganwa rya PRIMUSIC rihuza abaririmvyi bo mu gihugu cose ryarabandanije ku munsi waryo ugira gatatu w’indwi ya kabiri aho ryabereye mu ntara ya Karuzi.
Muri iyo ntara iryo higanwa ryakiranywe igishika ah’abanyakarusi benshi, baba abaje guhiganwa canke abandi bose baba muri iyo ntara bagaragaje urukundo bafitiye iryo higanwa mu gusaba ko ryokwamaho muri iyo ntara. "PRIMUSIC irakwiye kwamaho n’iburiburi igatunganywa ukwo amezi atatu atanguye vyofasha mw’iterambere ry’umuziki" Niko umwe mu biyandikishije yatumenyesheje.
"PRIMUSIC uretse ihiganwa irakwiye kudushiriraho inzu yo guhinyanyuriramwo indirimbo ngaha i karusi ikongera igashiraho n’iradio" ivyo bikaba vyavuzwe n’uwundi munyagihugu wo ngaho i Karusi. Iryo higanwa PRIMUSIC aho i Karusi ryitabiriwe n’abashika mirongo itatu na batatu barimwo umukobwa umwe, abagendana ubumuga batatu eka mbere n’abageze mu za bukuru ntibatanzwe. Inyuma yo kwumviriza ingene abo bahiganwa bikora mu gahogo, umurwi utanga amanota wategerezwa guhitamwo babiri gusa ngo bazoserukire intara ya Karuzi mu gice gikurikira c’ihiganwa. Uwo murwi w’abahinga uravye abasumba abandi, wahavuye uhitamwo Nasson Uwitonze na Francis Ndereyimana bompi bakaba ari abanyeshure. Inyuma y’itorwa y’abazoserukira Karusi mu gice gikurikira ca PRIMUSIC, hakurikiye igiteramo c’agakura caremeshejwe n’abaserukizi ba PRIMUSIC aribo Big fizzo na Sat-b baherekejwe n’umurimvyikazi Miss Erica, kikaba citabwe n’abakunzi isinzi b’umuziki bo ngaho I Karusi bari bahimbawe cane. Ico giteramo kikaba c’akurikiwe n’urugendo rw’abaserukizi ba PRIMUSIC bagenda baraca Mu bunywero butandukanye bwo ngaho i Karusi bayaga n’abo bahasanze bongera bivuna akanyota. Bikaba bitegekanijwe ko iryo higanwa rya PRIMUSIC rigiye kubandaniriza mu ntara ya Mwaro kur’uno wa 31 Rusama k’umunsi waryo ugira Kane w’indwi igira kabiri.
Intara ya cankuzo yabonetsemwo impano zikomeye mu muziki
La compétition PRIMUSIC, organisée par PRIMUS pour promouvoir les jeunes talents en musique sur tout le territoire national, a continué pour la deuxième semaine dans la province de Cankuzo où elle a détecté des talents cachés en musique dans cette province de l’est du Burundi. Cette compétition PRIMUSIC, dans la province Cankuzo, a vu la participation de vingt-cinq candidats parmi lesquels vingt d’entre eux avaient fait leur inscription via l’application mobile de PRIMUS Burundi et d’autres se sont faits inscrits sur place le jour de l’audition. Tous avaient en commun la détermination et le courage de pouvoir s’imposer pour figurer parmi les deux candidats qui vont représenter la province Cankuzo. Tous les candidats ont démontré leurs talents lors des auditions devant le jury qui, après délibération, a choisi Moïse Niyokwizera dit Moses Brown et Bonfils Niyongere comme les deux représentants de Cankuzo pour le reste de la compétition. Les auditions ont été suivies  par un grand concert animé par les ambassadeurs de la PRIMUSIC Sat-b et Big fizzo accompagnés cette fois-ci par la chanteuse Miss Erica, pour le plus grad plaisir des mélomanes de Cankuzo qui avaient répondu présent en masse à ce méga concert. Ce concert a été suivi dans la soirée par le tour des bars de Cankuzo par les ambassadeurs de la PRIMUSIC pour partager un verre avec les fans de musique et de PRIMUS, dans une ambiance conviviale. PRIMUSIC continue ce 29 mai 2019 dans la province de Ruyigi.
Akamo k’ihiganwa rya Primusic kitabiriwe mu ntara ya Kayanza
Intara ya Kayanza yarakiriye umurwi w’abashira mu ngiro ihiganwa rya PRIMUSIC. Eka n’abazoyiserukira baciye batorwa. Iyo ntara ikaba yerekanye ubudasa ku zindi ntara iryo higanwa rimaze kuberamwo. Aho ihiganwa rigeze harangwa n’igiteramo kiremeshwa na vya bihangange biriko biriserukira. Mu gitondo c’umunsi w’Imana, umurwi uriko ushira mu ngiro ihiganwa rya PRIMUSIC wazindukiye mu ntara ya Kayanza. Uwo wari umunsi waryo wa Kane.
Abiyandikishije mu ntara ya Kayanza bashitse mirongo itanu (50). Icibonekeje n’uko abenshi biyandikishije uwo munsi nyene. Muri abo harimwo abigeme babiri. Ivyo vyerekana ko abigeme batitabira cane iryo higanwa. Imbere y’uko hatangura igikorwa co kwumviriza umw’umwe n’ururirimbo yateguye, umurwi utanga amanota ubanza gusomera abahiganwa amategeko arigenga, hama uwo murwi ukabaza abo nyene ko bayahurizako, gutyo guhiganwa bikabona gutangura. Abahiganwa bamaze kwumvirizwa umw’umwe n’ururirimbo rwiwe, umurwi utanga amanota watangaje babiri bazoserukira iyo ntara. Uwa mbere yabaye Hakizimana Zodick hanyuma Tubane Cédric. Uwo wa mbere akaba yarahiganwe mu mwaka w’i 2013 muri PRIMUSIC naho atashoboye gushika kure. Bompi bemeza ko bagiye kwitegurira igice gukurikira maze za milioni bazitahukane. Icibonekeje muri iyo ntara ya Kayanza n’uko abiyandikishije benshi bavuye mu makomine n’imisozi ya kure igize iyo ntara. Mu murwi utanga amanota bavuga ko ivyo vyerekana ko ihiganwa ririko rishika kw’ihangiro koko abafise impano zo kuririmba atari abo mu bisagara gusa. Bavuga kandi ko vyerekana ko amakuru ajanye n’ihiganwa yamenyekanye hose gutyo ntahagire abazicuza ngo :"Sinamenye".
Zodick na Cédric baciye baja ku kibuga c’umupira w’amaguru aho bahawe akanya ko kwiyereka abaraho maze bakabasaba ku bashigikira kugira itsinzi ize itahe iwabo.
Hakurikiye igiteramo c’agakura caremeshejwe na vya bihangange biriko biserukira iryo higanwa. Ibirori bisozera ihiganwa mu ntara ya Kayanza vyagiye guherera mu bunywero bwagabanirijwe igiciro c’ikinyobwa ca primus, aho abakunzi b’umuziki n’ico kinyobwa basoma basubira mu mutekano ntangere. Ihiganwa rigiye kuzobandariza mu ntara ya Cankuzo kw’igenekerezo rya 28 Rusama.
Ishaka ridasanzwe ribandanya kwiyerekana kubipfuza gutsindira imiriyoni mirongo ibiri na zitanu za Primusic
Ihiganwa rya PRIMUSIC ryabandanirije mu ntara ya Ngozi. Umurwi ugutanga amanota watoye abazoserukira iyo ntara. Eka n’igiteramo giherekeza iryo higanwa cabereye ku kibuga c’umupira w’amaguru citabiriwe n’isinzi ry’abantu. Umunsi ugira gatatu w’ihiganwa rya PRIMUSIC wabereye mu ntara ya Ngozi. Nk’uko abakeneye guhiganwa basabwa kwiyandikisha imbere y’uko ihiganwa riba, hari n’abazindutse kwiyandikishiriza aho nyene habera ihiganwa kandi  nabo nyene bakiriwe, barahabwa ayo mahigwe. Abahiganwa bashika kuri mirongo ine na bane (44) bava mu makomine agize intara ya Ngozi. Mur’ abo harimwo umwigeme umwe, nk’uko vyari no mu ntara ya Kirundo. Eka hari n’uwugendana ubumuga bwo kutabona nawe yari yitavye iryo higanwa. Inyuma y’igikorwa kidasanzwe co kwumviriza umw’umwe n’ururirimbo rwiwe, umurwi utanga amanota, imbere y’abahiganywe bose, watangaje babiri bagiye kuzoserukira iyo ntara ya Ngozi. Abo n’abo akaba ari Kaze Sosthene na Edwin Trand Akiteretse, bose bavuka muri komine Ngozi. Tubibutse ko iyo misore ibiri yatowe yagarukiye mu gice ca nyuma c’ihiganwa rya PRIMUSIC mu mwaka w’i 2014. Iyo misore nyene, ivugako ifise ishaka n’icizere ko za miliyoni mirongo ibiri na zitanu zizotaha i Ngozi ukwo bigenda kwose. Haciye hakurikira igiteramo cabereye ku kibuga c’umupira w’amaguru citabiriwe n’isinzi ry’abantu. Aho rero wari umwanya mwiza kuri ba baserukizi ba PRIMUSIC Big Fizzo na Sat-b baherekejwe na Belle9ice wo gutekururira agakemanyi abakunzi babo. Uwo mwanya waranzwe n’akanyamuneza bikaboneka ko aho i Ngozi bahafise abakunzi benshi. Ibirori bisozera umunsi vyaciye bibera mu bunywero bwari bwategekanijwe, aho abakunzi ba primus basoma basubira mu mutekano ntangere. Tubibutseko iryo higanwa ribandaniriza mu ntara ya Kayanza kur’uyu wa 26 Rusama 2019.
Intara ya kirundo yamenye babiri bazoyiserukira muri PRIMUSIC
Umunsi ugira kabiri w’ihiganwa PRIMUSIC wabereye mu ntara ya Kirundo. Muri mirongo ine (40) bari biyandikishihe muri iyo ntara, harimwo umupfasoni umwe gusa n’umushingantahe w’imyaka irenga mirongo itandatu y’amavuka. Umurwi ujejwe gutanga amanota uhejeje kwumviriza ivyo abiyandikishije bari bateguye, baciye batoramwo babiri bazobandanya ihiganwa. Abo babiri akaba ari Divine Kanyamuneza na Dauphin Akimana. Inyuma yo gutora abazobandanya ihiganwe, haciye hakurikira igiteramo kidasanzwe ku kibuga c’umupira w’amaguru co mu Kirundo. Naho hari akavura n’abantu isinzi bari baje kukirorera. Ico giteramo cari kiremeshejwe n’abaserukizi ba Primusic aribo Big Fizzo na Sat B baherekejwe na  Belle9ice. Igitaramwo c’ugurujwe na Belle9ice, akurikirwa na Sat-b hama Big Fizzo. Ibirori vyararyoheye abarorerezi aho abo baririmvyi batera n’abo bakitabira, bigasa nkaho izo ndirimbo baziteguriye hamwe n’abakunzi babo bo mw’iyo ntara. Bamwe mw’isinzi ry’abakunzi b’umuziki ndundi bari ngaho, bari bitwaje ivyapa vyanditseko majambo yo gushimagiza abo baririmvyi. Ibirori vyagiye kurangirira mu bunywero bwo mu kirundo aho abaserukizi ba Primusic bayaga basangira n’abanyakirundo
Bikaba vyitezwe ko iryo higanwa rya Primusic ribandaniriza mu ntara ya Ngozi kuri uno wa 25 Rusama 2019.
Babiri bazoserukira intara ya muyinga muri PRIMUSIC  bamenyekanye
Kur’ uno wa Kane igenekerezo rya 23 Rusama umwaka wi 2019 niho ihiganwa rihuza abaririmvyi bose bo mu Burundi PRIMUSIC ryatanguzwa icese rikaba ryatanguriye mu ntara ya Muyinga.  Mur’ iyo ntara ya Muyinga hari hiyandikishije abantu mirongo ine n’umwe (41). Muribo, cumi  n’ababiri (12) biyandikishije hakoreshejwe ubuhinga bwa none, abasigaye bakaba biyandikishirije  ku kibanza iryo higanwa ryatunganirijwemwo  ku murwa mukuru wa Muyinga ku bunywero Iwacu. Abitavye iryo higanwa, uko ari mironge ine n’umwe, baserukiye ama komine indwi yo mu ntara ya Muyinga. Muribo harimwo umukenyezi umwe n’abagendana ubumuga babiri. Umuntu wese yarafise uburenganzira bwo kuririmba ururimbo rumwe yipfuza imbere y’umurwi w’abatanga amanota. Umurwi utanga amanita, uhejeje kwumviriza abo bantu mirongo ine n’umwe ukwo bikora mu gahogo, waciye uhitamwo babiri bazoserukira Muyinga ku rwego rukurikira rwa PRIMUSIC. Abatowe akaba ari Gateka Landry na Kazoza Peterson. Inyuma y’itorwa ry’abaserukizi babiri b’intara ya Muyinga hakurikiye igiteramo c’agakura cabereye ku kibuga c’umupira w’amaguru co ku Mukoni cateramishijwe n’abaririmvyi b’ibihangange batatu baserukira PRIMUSIC aribo Big fizzo, Sat-b na Belle9ice. Ico giteramo kikaba citabiriwe n’abakunzi isinzi b’umuziki bari buzuye ico kibuga batamba baryohewe bongera bihereza ikinyobwa PRIMUS ubona igiciro c’ico kinyobwa cari cagabijwe muri ico kibanza.
Ibirori vyarangiye mu bunywero butandukanye bw’ i Muyinga, aho abaserukizi ba PRIMUSIC batera ijoro ijambo n’abakunzi b’umuziki bongera basangira ikinyobwa Primus ubonako n’igiciro caco cari cagabanijwe
Mwomenya ko kur’ uyu wa gatanu igenekerezo rya 24 ukwezi kwa Rusama umwaka wi bihumbi bibiri na cumi n’icenda iryo higanwa PRIMUSIC rizobandaniriza Mu ntara ya kirundo.
Ishirahamwe BRARUDI ryatanguje kumugaragaro ihiganwa rigira 5 rihuza abaririmvyi ryitiriwe PRIMUSIC
Mu kiganiro kuba menyeshamakuru catunganijwe n’ishirahamwe BRARUDI, Dorine Gateka arongoye igisata co kudandaza no kumenyekanisha ikinyobwa PRIMUS ari naco gifasha gutunganya iryo higanwa PRIMUSIC yamenyesheje ko intumbero y’iryo higanwa ari guteza imbere umuziki n’abanyamuziki. "Ishirahamwe BRARUDI ribicishije ku kinyobwa Primus rigiye gutunganya ihiganwa Primusic rihuza abarundi n’abarundi kazi hamwe nabo bose baba mu Burundi atanumwe akumiriwe bafise impano yo kuririmba kugira ribahe akaryo ko kumenyekanisha ibikorwa n’ubuhinga bwabo mu muziki. Kwiyandikisha biroroshe uca k’urubuga rwa Brarudi, canke k’urubuga ngurukanabumenyi rwa Facebook rwitwa Primus Burundi canke k’ubuhinga bwa none bukoreshwa Mu ma  telefone ngendanwa bita aplikasiyo canke mbere no kuruwo munsi nyene w’ihiganwa kwiyandikisha birakunda" Niko yasiguye Dorine Gateka ajejwe ikinyobwa ca Primus  mw’ishirahamwe Brarudi "Intara yose izoserukirwa n’abaririmvyi babiri uretse Bujumbura mairie na Bujumbura zizoba zifise abaziserukira 8 bari hamwe. Bose hamwe azoba ari 46 mugihugu cose bazotorwamwo cumi na babiri muribo havemwo kandi batandatu bazoshika mu gice ca nyuma (finale) gitegekanijwe kuwa 26 mukakaro umwaka wi 2019 aho uwambere azoronka ibahasha y’imiliyoni 25, uwa kabiri imiliyoni zitanu, uwa gatatu imiliyoni zitatu, uwa 4 imiliyoni zibiri, uwa gatanu umuliyoni n’inusu, uwa gatandatu umuliyoni, yose mu mafaranga y’amarundi" Niko yavuze asozera Dorine Gateka
Aha mwomenya ko uretse abazoba Bari mw’ihiganwa hazoba hari abaririmvyi b’ibihangange 2 bazoba baserukira iryo higanwa Primusic kugira baryoshe ibirori Abo nabo akaba ari Sat-b na Big fizzo hakazokwiyongerako umuririmvyi mpuzamakungu w’umunyamahanga azoza kuryosha ibirori umunsi w’igice ça nyuma (finale).
Bamwe Mu bayoboke b’idini rya Islam ntibashimye uko Papy Fatty yashinguwe
Abayoboke b’idini rya Islamu Bari bagizwe ahaninini  n’abapfasoni bagaragaje akababaro imbere y’uburuhukiro bw’ibitaro Kira Hospital aho umuhisi  Papy Fatty yararuhukiye  Mu buruhukiro bw’ivyo bitaro imbere yuko apfubwa Mu gihe hari abari baje kumusezera ubwanyuma kugira aje gushingurwa mw’itongo ry’abapfuye ryo ku mpanda impari zadutse  n’uruhagarara aho abayoboke b’idini rya Islamu na cane cane abapfasoni batihanganiye kubona Papy Fatty ahambwe nk’umukristo Mu gihe bemeza ko yari umu Islamu ico bafashe nko guhumanya umushaha wiwe Ariko umuryango w’umuhisi Papy Fatty w’amaraso wowo urimwo na nyina  wiwe zoula Ngurakagayo wemeza ko uwabo yarasanzwe ari umukristo Izo mpari n’ubwo zadurumbanije umwanya muto abari baje kumuherekeza irya nyuma ngaho ku buruhukiro bw’ibitaro Kira Hospital ntaco vyabujije mwipfubwa ryiwe kuko yahavuye apfubwa kw’itongo ry’abapfuye ryo ku mpanda hakurikijwe imigenzo y’abakristo imbere y’abantu isinzi harimwo n’abategetsi b’igihugu
Ikiziga c’umukinyi mpuzamakungu w’umurundi papy fatty cashikanywe ku kibuga c’indege ça Bujumbura 
Inyuma y’indwi zitatu umukinyi mpuzamakungu w’umurundi yakinira umurwi nserukira gihugu w’uburundi mu mupira w’amaguru"Intamba Mu rugamba" papy fatty asandabiye Mu kibuga kubera indwara y’umutima Mu gihe yariko arakinira umurwi wiwe malanti chiefs wo Mu cicaro ca mbere Mu gihugu ça Eswatini cahoze citwa Swaziland .
Kuri uno wa Kane k’umuhingamo niho ikiziga ciwe cashikanwa ku kibuga c’indege ca Bujumbura aho bitegekanijwe ko azoshinguranwa iteka Inyuma y’ibirori vyo kumwunamira vyari vyitabwe n’abakunzi b’inkino isinzi hamwe n’umuryango wiwe w’amaraso warimwo umuvyeyi wiwe zoula Ngurakagayo,umupfasoni wiwe n’umwana wiwe w’umwigeme,ikiziga ciwe caciye kijanwa Mu buruhukiro bw’ibitaro Kira Hospital mu kurindira ko ashinguranwa iteka Papy Fatty akaba yitavye Imana afise imyaka 29,akaba yari Mu murwi  nserukiragihugu Mu mupira w’amaguru washikanye Mu mahiganwa ya Africa azobera Mu gihugu ca misiri Mu kwezi kwa gatandatu amahiganwa uburundi buzoba bwitavye ubwa mbere Mu mateka yabwo.
Umupfundikizo umwe wa Primus ukaronka imiriyoni 10,bigoye kwemera ariko nivyo
Ntaho vyigeze biboneka mu Burundi aho umuntu ashobora gutsindira ku ncuro imwe mu mwamya umwe kandi muto amafaranga angana imiriyoni 10 icarimwe  ata gikorwa urinze gukora,vyabonekako woba ukoresha amareba ariko muri BRARUDI birakunda aho uwuguruye umupfundikizo w’icupa rya Primus ashobora kuronka ayo mafaranga icarimwe. Mu gihugu cacu aho ijambo « Kubura icepfo na ruguru » ariko bose bavuga kubera ata kazi ,birasize ubwenge kubona umuntu wo hagati mu gihugu asanzwe ata n’urupapuro rw’umutsindo afise ashobora kwironkera amafaranga angana n’imiriyoni 10, mu gihe abandi babonye umupfundikizo wa PRIMUS babona umupfundikizo gusa ,abandi bo bawubonamwo amafaranga aharurwa mu mamiriyoni, aho nubahutse mu gukina muri Pfundurura utsinde batahukana amamiriyoni.amapikipiki hamwe n’amakinga. Pfundurura utsinde aho ryaciye mu gihugu hose haba muri Bujumbura Rural,Rutana eka no mu bindi bice vy’igihugu imbere yuko isozererwa mu gisagara ca Bujumbura iryo higanwa ryasize akatazokwibagirwa. Kw’ibarabara rija mu Gatumba hasozerewe iryo higanwa rya Pfundurura Utsinde umwaka wa 2018,uwutomboje icitwa« Gros lot » k’umupfundikizo wa PRIMUS yaronswa hagati y’amafaranga ibihumbi 250 canke ibihumbi 500,umuriyoni,imiriyoni 5 canke imiriyoni 10,ipikipiki,ikinga hamwe n’ibindi. Bernice KEZA yaserukiye ihinguriro BRARUDI mu gikorwa co gutanga ubushimwe butandukanye ku batsinze muriryo higanwa, yavuze ko ihiganwa ry’umwaka wa 2018 rirangiye ariko bishitse umuntu agashobora gutomboza kandi ashobora kuja gusaba ico yatsindiye ku bakozi ba BRARUDI bakorera mu gisata ca « Primus Burundi ». Muri BRARUDI bashikirije ko intumbero yatumye bategura iryo higanwa rya « pfundurura utsinde ! » ari kugira bafashe guha akaryo abantu bose amahirwe yo kuronka uburyo bwobafasha gushira mu ngiro imigambi yabo. Iryo hinguriro ritera akamo ayandi mahinguriro n’amashirahamwe gukora nkuko kugira bafashe abanyagihugu bo mu Burundi kwiteza imbere muvyo bakora.
Indirimbo y’amateka ya CNDD FDD yahawe agashimwe
Inyuma y’iminsi indwi gusa yanditse ku rubuga rwiwe rwa Facebook ko ashimishwa n’uko indirimbo yakoze ihuza Abarundi bo mu moko yose n’intara zose, umuririmvyi NSENGIYUMVA MINANI Félicien batazira Maréchal FEMI DE J’ABAT yaronkejwe agashimwe kagizwe n’ibahasha y’amafaranga y’amadorare agera ku gihumbi kimwe. Ako gashimwe yakaronkejwe n’umurwi w’Abarundi baba mu mahanga batashimye kwivuga izina. Emile NIMUBONA, uwo abatanze iyo bahasha baciyeko kugira ayishikirize NSENGIYUMVA MINANI Félicien batazira Maréchal FEMI DE J’ABAT avuga ko ubutumwa buri mu ndirimbo z’uwo muririmvyi zakoze ku mitima y’abagize ico ciyumviro c’ukumuha agashimwe. « Haraheze imyaka itari mike havutse imigwi ya WhatsApp, aho usanga umuntu ari mu migwi myinshi. Abantu rero turi mu migwi ya WhatsApp itandukanye twasanze indirimbo za FEMI ziguma zigaruka kenshi cane kanatsinda zirimwo amajambo n’ivyiyumviro vyaranze ubuzima bwacu kuva tukiri bato gushika n’ubu. Niho twaca twumvikana ko umuntu nk’uwo twomugirira akantu atazopfa yibagiye. Aho nobamenyesha ko uwo muriririmvyi ruranguranwa Femi atavyo yari azi na gatoya. » Agashimwe ku ruririmbo ruhayagiza umugambwe CNDD FDD Ururirimbo ruhayagiza umugambwe CNDD FDD (Hymne du CNDD FDD) ni rumwe mu ndirimbo za NSENGIYUMVA MINANI Félicien batazira Maréchal FEMI DE J’ABAT, akaba ari narwo rwatowe mu zindi, ruhabwa ako gashimwe kashikirijwe uwo muririmvyi. Emile NIMUBONA amaze imyaka 15 aba mu gihugu ca Norvège arasigura igituma urwo ruririmbo rwatowe mu zindi. « Irya Hymne twasanze ari indiririmbo idasanzwe ku gihugu cacu. Ni indirimbo idasanzwe iruhura imitima ya benshi yahababutse kubera ibihe bibi cane igihugu cacu caciyemwo. Ifise ubutumwa bwiza cane buhuza bugahumuriza Abenegihugu bose mu budasa bwabo. Amajambo meza ayirimwo ni umuti kuri bene Burundi twese uvura akaranda k’amacakubiri, urwanko n’inzigo, akarenganyo n’agacinyizo vyo soko y’intambara zahekuye imiryango myinshi yacu twese. Ni indirimbo idasanzwe ihezagiwe cane kanatsinda iririmbwa mu gihugu cose no mu mahanga n’abato n’abakuze . Umuntu Imana yateye iteka rinini ryo kuyidukorera twoba turi intashima tutamushimiye akiriho. » NIMUBONA ahamagarira Abarundi kugira umutima w’ugushimira umuntu akiriho, kuko ari umuco w’ingirakamaro. « Numvise ko naronse agashimwe narakangutse” Umuririmvyi NSENGIYUMVA MINANI Félicien batazira Maréchal FEMI DE J’ABAT avuga ko acumva ko hari abantu atazi bamuhaye agashimwe k’amadolari 1000 yakangutse, kuko ku bwiwe ari ibintu atari bwumve na rimwe mu buzima bwiwe. « Ntabwo nanezerewe muri aka kanya kuko sinemera neza ko arivyo abantu ntazi kumpa amahera menshi nkayo. Naciye ndamubaza kandi nti abo bantu udashatse kumbwira nyamahera bakubwiye ico bayampereye ? Niko rero guca ansigurira ko ari kubera indirimbo zanje bakunda ngo na cane cane Hymne nakoze ya CNDD-FDD ngo ni indirimbo idasanzwe ifasha abanyagihugu kurengera amabi baciyemwo ngo ikongera ikabanywanisha no kubakundisha igihugu cabo. Numvise umunezero udasanzwe mwinshi cane mu mutima wanje. Nkaba ndabashimiye cane gose narirya ariryo rya mbere kuva mbaho mbona igitangaza nk’ico ku bantu ntazi. Imana yuzuze aho bakuye hame imisesekara. » Umuririmvyi NSENGIYUMVA MINANI Félicien yanditse ururirimbo ruhayagiza umugambwe CNDD FDD uwo mugambwe ukiri umuhari, urwo ruririmbo akaba yarusubiriyemwo incuro zitatu, nk’uko abishikiriza, ahereye kuva igihe CNDD yatwarwa na Leonard NYANGOMA, yongera arusubiramwo igihe uwo muhari watwarwa na Jean Bosco NDAYIKENGURUKIYE, yongera kandi arusubiramwo n’igihe uwo muhari watwarwa n’uwurongoye ubu igihugu c’Uburundi, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Ururirimbo rwakorewe mu buhungiro. Uwo yakoze urwo ruririmbo avuga ko ata muntu n’umwe yamusavye kurukora, ko ariwe wenyene yavyibwirije kubera yavyiyumvamwo mu mutima wiwe kubera ibihe bigoye kandi bibabaje cane igihugu camwibarutse carimwo. Yari asanzwe amenyereye ivyo gukora indirimbo zihayagiza imigambwe, aho agatanga akarorero k’ururirimbo yakoze ruhayagiza umugambwe PP ( Parti du Peuple) hamwe n’uruhayagiza ishure ETP ry’i Gitega uwo muririmvyi yizeko mu mwaka w’1991. Mu ntambara y’umwaka w’1993 yakurikiye igandagurwa ry’umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE, NSENGIYUMVA MINANI Felicien yahungiye i Uvira, muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, ari naho yakoreye ururirimbo ruhayagiza ubu umugambwe CNDD FDD. « Hymne ya CNDD-FDD nayikoreye i Uvira muri Congo aho bita Mulongwe, nari mu buhungiro mbaye ho nk’impunzi. Iyo Hymne rero nta n’umwe yabinsavye ngo nindayikore, kubera ko nari nsanzwe ndirimba nkora n’ibiteramo ngaho nyene i Uvira vyaranjemwo kwiyumvira kuyikora, narayitunganije jewe nyene mpejeje nca ndondera abatware ndayibereka baca barayishima, yaba amajambo canke mélodie natungaije, vyose barabishimye cane gose ntaco bakuyeko canke ngo bongeremwo. Iyo Hymne nakoze niyo yugurura ikongera ikugara iradiyo ya CNDD-FDD yitwa RUTOMORANGINGO yahavuye yitwa mu nyuma Radio Demokarasi. Narumva agahinda kenshi mu mutima kubera ibihe bibi cane igihugu cacu carimwo aho abantu mu moko yose ahanini ata gaciro bari bagifise, baricwa nabi izuba riva. Ni naco gituma uyumvirije mvugira Abarundi bose kuko ngaho nyene mu buhungiro nari hari abava mu moko yose. » N’aho urwo ruririmbo rwashimwe n’abari barongoye umuhari CNDD, umuririmvyi NSENGIYUMVA MINANI Félicien avuga atorohewe. « N’agasho narakagiyemwo ndanagarukira kenshi ku munwa w’urupfu kubera iyo ndirimbo. Kumbure ngira biri mu bitera bamwe kurira iyo bariko barayiririmba kuko uwayikoze nawene yaraciye mu marira n’umubabaro, mu bihe vyari bitari vyoroshe bimwe umwana arira nyina ntiyumve. Ariko ndashima cane Imana yo yanzigamye muri ivyo bihe, ikampa umutima wo kurinda cane no kwihangana mpaka ndayikora, uno musi yarabaye umugisha munini kuri benshi no ku gihugu cacu, n’ubwo hariho abo ihezagira cane mugabo batazi uwayibakoreye uwariwe kandi akiriho . Abo bavukanyi ntazi uretse uwo umwe gusa baciyeko, barankoreye ikintu gihambaye ntazopfa nibagiye nkiriho, yarabahezagiye nabo ngabo nanje barampezagiye. Imana ibishimirwe cane. » Marechal FEMI DE J’ABAT ahanura abakora ineza kugumana umwizero, kuko hari abaca intege abandi mu kubabwira ko uwabirimye atariwe yabiriye. Abakora ivyiza ntibabironkere impera ababwira ati : « Ukora ineza ukayisanga imbere kandi akenshi iyo neza uyikorerwa n’uwo utaziga nk’uko nanje uno musi ndiko ndashimirwa n’abantu ntazi. Ivyo ndavyita ibitangaza vy’Imana. »

AU CINEMA. « Les Indestructibles 2 », le divertissement idéal pour toute la famille
"Les Indestructibles 2" est la suite éblouissante d’un premier opus qui a été oscarisé en 2004. Nous n’aimons pas les Indestructibles, nous les adorons ! Notre critique. Revoilà la famille Parr, alias les Indestructibles, sortes de héros Marvel, chacun doté de pouvoirs hors du commun. Il y a Bob, le papa, Hélène, la maman, plus connue sous le pseudo d’Elasticgirl, Violette, la jeune ado en pleine crise, Flèche le pré-ado bouillonnant et bébé Jack-Jack, le petit dernier, qui révèle ici ses pouvoirs surnaturels. Sans entrer dans le détail du scénario, que vous aurez ainsi le plaisir de découvrir, sachez seulement qu’il y a de l’eau dans le gaz entre cette famille et les autorités. Ce n’est pas nouveau, d’ailleurs, dans le monde des super-héros.
Amategeko yo kujabuka ibarabara kubagenda n’amaguru yoba akurikizwa canke ntaco bimaze ?
Harareze igihe kitari gito Uburundi buronse ubuhinga bwo kunzura uruja nuruza mu mabarabara amwamwe ari mu gisagara ca Bujumbura. Ubwo buhinga bujanye n’ayamatara yaka kugira ahe uburenganzira bwo kubandanya mw’ibarabara akaka uburengamnzira abandi kugira barindirane tudasize inyuma n’abagendesha amaguru hama akenshi kuruhande haba hari n’umupolisi ajejwe umutekano w’ibarabara kugira hagize abarenga amategeko ace afatirwa ibihano. Mu bisanzwe ayo matara afise amabara atatu, hari iryaka risa n’urwatsi rutoto, hari irisa n’umuhondo hakaba n’iritukura. ukwo ari atatu agira ico asigura rimwe rimwe ryose ukwaryo. hakaba n’uruhande rw’ayo matara ruha canke rukaka uburenganzira abagenda n’amaguru. Ku ruhande rw’imiduga iyo hatse irisa n’umuhondo nukuvuga imiduga canke amapikipiki ari mwiryo barabara rigororotse afise uburenganzira bwo kubandanya hama iyo hatse ay’umuhondo  nukuvuga ko bariko bagabisha imiduga canke amapikipiki ko boba baritegura guhagarara mu kurindira ko amatara afise ibara ritukura yaka hama imiduga n’aya mapikipiki bikabona rero guhagarara mu gutanga inzira k’uziza ziva murundi ruhande narwo ruramukiwe kugenda. Ukwo biri ku miduga n’amapikipiki, no kubagenda n’amaguru  nabo bahabwa umwanya kuruhande rwabo wo gushobora kujabuka ibarabara iyo bakirijwe agatara k’urwatsi rutoto gafise ishusho y’umuntu hama haje agatara k’umuntu gafise ibara ritukura uwamaguru nta burenganzira afise bwo kujabuka, ategerezwa kurindira gushika asubiye kuronka uburenganzira. Igitangaje rero nuko abantu batari bake bataratahura ukwo ubwo buhinga bugenzura uruja n’uruza rwo mumabarabara haba kub’amaguru canke kubagendesha imiduga n’amapikipiki bigatuma haguma akajagari mumabarabara canke ugasanga ivyo vyapa vyaka vyazimye burundu. Aba polisi bajejwe umutekano wo mw’ibarabara baba begereye ngaho, bacunganwa gusa n’imodoka zirenga amategeko kugira bazice ihadabu muga abagenda n’amaguru bobo ntibiteho kubakurikirana ngo bahanwe iyo barenze amategeko mu kujabuka ata ruhusha bahawe. Abantu bamwe bamwe bagiye batembera mu bindi bihugu nibo bavuga bati ukwubahiriza amategeko yo mw’ibarabara biraba bose atawuvuyemwo kandi n’ibihano bifatirwa bose atawuvuyemwo. Hari hakwiye kuba inyigisho haba kubagendesha imiduga n’amapikipiki hamwe n’abagenda n’amaguru muri rusangi kugira higwe gukuriza amategeko y’ibarabara gutyo amasanganya abone kugabanuka.
Atari Whastapp isanzwe (WhastApp Messenger), izindi zose zatanguye guhagarikwa gukoreshwa
Haheze imisi itari mike abantu bidoga ngo za Whastapp zabo ziriko zibagirira ibintu batari bamenyereye aho umuntu agira uku akabona ubutumwa bumubuza kuyikoresha ngo rindire amasaha abiri canke arenga kugira asubire kuyikoresha, hari nababawirwa ko basubira kuyikoresha aruko umusi uheze, ivyo bigatuma abantu badasubira kuyaga n’incuti n’abagenzi babo nkuko bavyipfuza. Imvo nyamukuru nukwo hari WhastApp zakozwe n’abantu batabifitiye uburenganzira baca bazishira ahabona ngo zikoreshwe n’abantu ariyo ntandaro rero yiyugarwa ryazo Whastapp mu Burundi mbere nahandi henshi iramaze kuba inzira yorohereza abantu mw’itumatumanako ry’amakuru aho abenshi ubu bashima guhanahana amakuru n’ubutumwa bakoresheje WhastApp. Hari ubwoko bwinshi bwa WhastApp zari zisanzwe zikoreshwa nka GB WhastApp, YO Whastapp, FM WhastApp n’izindi nyinshi. Izo zose zatanguriwe n’iyitwa WhastApp Messenger ku basanzwe bakoresha ama terefone ya Android bamenyereye kuyironka baciye aho bita PlayStore muma terefone yabo nyene. Abantu benshi bari basigaye bazihurumbira cane kubera ukuntu zifise ibintu vyinshi vy’ubuhinga gusumba irya yindi yemewe ariyo WhastApp Messenger. Nkabo twayaze bavuga bati turababaye kubera ko izi Whastapp mugihe uzikoresha nta muntu yashobora gufuta ikintu icarico cose akurungikiye, abandi udashaka ko bamenya ko uriko urakoresha whatsapp washobora kubinyegeza n’utundi tuntu twinshi tuborohereza gukoresha whastapp irya yindi isanzwe idafise.
Inyishu nkoramutima za Econet Wireless ku bibazo n’amakenga abanywanyi bayo bari bafise
Mu kiganiro uwurongoye ishirahamwe Econet Wireless umushingantahe Nepias Njaravaza yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 31 Rusama 2019, yatangaje ku mugaragaro ko guhera uyu musi nyene isaha zitandatu zijoro ariho ibintu bishasha biza gutangura kwibonekeza kubanywanyi bayo. Vyose rero vyavuye muri wa mugambi wa Tubwire wahimiriza umunywanyi wese wa Econet wireless afise ico ashaka gushikiriza iryo shirahamwe mu bitamunezera canke ivyohinduka. Nkuko rero iryo shirahamwe Econet wireless ari ishirahamwe ryumva, ryarateze ugutwi abanywanyi baryo igihe bariko bararibwira, ryarumvise kandi ryamaze gutangura gushira mu ngiro bimwe bimwe muvyo ryabwiwe. Ni mw’iyo ntumbero rero guhera uyu musi isaha zitandatu z’ijoro ibiciro bigiye kugabanuka kurugero rushimishije aho uguhamagara ukoresheje Econet Wireless vyagabanijwe gushika kurugero rwa 20 kw’ijana hamwe n’abakoresha Ecocash nabo nyene batasigaye inyuma mu guhabwa inkuru nziza y’igabanurwa ry’ibiciro. 1. Ku biciro vyahora ku mafaranga168 ku munota mu guhamagara ukoresheje Econet Wireless uhamagara Econet Wireless nyene, vyagabanijwe gushika ku mafaranga 135 ku munota 2. Ku biciro vyahora ku mafaranga 210 ku munota mu guhamagara ukoresheje Econet Wireless uhamagara iyindi mihora, vyagabanijwe gushika ku mafaranga 200 ku munota 3. Ku bijane n’amahera yahora atwarwa muri Ecocash haba mu kurungika canke kubikura amahera, vyagabanijwe ibiciro na cane cane mu kubikura aho ibiciro vyagabanutse k’urugero rwa gatanu kw’ijana munsi y’ayandi mashirahamwe asanzwe akora ibikorwa nkivyo. Ayo mahinduka azananye na Econet Wireless aje guhindura ubuzima mubijanye n’itumatumanako ry’amakuru mu Burundi ku neza y’abenegihugu. Ayo mahinduka rero ngo ntagiye kugarukira ngaho kuko buri mezi atandatu bazokwama batangaza abanywanyi babo n’ibintu bishasha gusa.
Gushira kumugaragaro izina ry’ikimenyetso gishasha Econet Wireless c’ishirahamwe Econet
Ku musi w’igenekerezo rya 29 Rusama 2019 igihe c’isaha cumi na ziri z’umugoroba kwi hoteri club du lac Tanganyika niho ibirori vyo gushira ku mugaragaro izina ry’ikimenyestso gishasha Econet Wireless vyatangura. Ivyo birori vyatewe iteka n’abanyacubahiro batari bake harimwo umuvugizi w’umukuru w’igihugu, umuvugizi w’umugambwe CNDD-FDD, umushikiriza manza mukuru wa Republika, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’urwaruka amaposita n’ubuhinga bwa none, Umukuru w’urwego rw’igihugu rujejwe ibijanye no gutumatumanako, abaserukir’ amashirahamwe atandukanye akorana na Econet Wireless, abakozi ba Econet Wireless n’abandi bashitsi batandukanye aho hagiye hashikirizwa amajambo atandukanye.  Mu bashikirije amajambo hibonekeje abashinze intahe bavuga ukuntu baramuwe n’ishirahamwe Econet Wireless bahora ar’ abantu bato cane none ubu nabo basigaye bafise amashirahamwe yabo bwite batwara. Bateye intege abandi bantu ko Econet Wireless ari ishirahamwe rifise uburyo n’ishaka ryinshi ryo guteza imbere abantu bose bakoranye naryo kandi bafise n’umwete wo gushaka kw’iteza imbere no guteza imbere iryo shirahamwe. Mw’ijambo uwurongoye Ishirahamwe Econet Wireless yashikirije abari ngaho, yabanje gushima bimwe vyimazeyo abashitsi batandukanye bafashe umwanya wabo bakaza kw’ifatanya na Econet Wireless mu gushira ku mugaragaro iryo zina rishasha aho yamenyesheje ko kuba bahinduye iryo zina atari gusa mu buryo bwo kwiyamamaza kw’isoko ahubwo ari ivuka rishasha ry’iryo shirahamwe kugira rihagarare neza aho abanywanyi bashobora kuribona. Intumbero rero y’iryo zina rishasha ni ryo gushimisha abanywanyi baryo ku rugero rurushirije urwo bari basanzwe bariko kandi ko iryo zina rishasha rigiye kuzana ikintu kidasanzwe mu gisata c’itumatumanako amakuru mu Burundi. Yabandanije avuga ko kubera ishirahamwe Econet Wireless ari ishirahamwe ritega ugutwi, ari mw’iyo ntumbero nyene ryateze ugutwi ivyo abanywanyi baryo bayishikirije vyose ko nayo rero ryiteguye kubishura kandi inyishu ikazoza ari inyishu inezereza abanywanyi baryo. Ivyiyumviro canke ibisabo vy’abanyanyi babicishije muri wa mugambi wa Tubwire, Econet Wireless yavyegeranirije mu migwi ine ikurikira : 1. Igisabo cukugabanya ibiciro vyo guhamagara ukoresheje Econet wireless mu Burundi. Ishirahamwe Econet  ryarumvise kandi rigiye kwishura mu kugabanya ibiciro. 2.  ikijanye n’ibiciro bizimvye mu kurungika canke kubikura amahera kuri Ecocash, ishirahamwe Econet Wireless ryarumvise kandi rigiye kwishura mu kugabanya ibiciro. 3. ikibazo cuko ama inite ari mw’iterefone aherera rimwe nayo umuntu aba yashizemwo ya interinete aho ugira uku ugasanga yaheze atayo wakoresheje, ico kibazo econet leo imenyesha ko camaze kwishurwa kuva kw’igenekerezo rya 28 ko ubu ama inite yose umunywanyi azoba afise mw’iterefone azoguma arimwo mugihe ariko akoresha interinete yiwe yashizemwo ama mega. Kubitorera umuti ukanda *405*12# Hama ok 4.  ikibazo c’uko internete 3G ko itameze neza. Ishirahamwe Econet  ryarumvise kandi rigiye kwishura. Umuyobozi wa Econet Wireless yibukije ko Econet Wireless yabazaniye imigambi idasanzwe yo kworohereza abanywanyi bayo ibicishije m’umugambi witwa umukopo wa ecocash aho umuntu ashobora kwaka akadeni bimworoheye hamwe na asiransi yitwa Ecosure inkingi aho umunywanyi wese ashobora kwikingira. Yanagirikeko amenyesheje ko guhera ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 1 Ruhenshi 2019 abicishije mu kiganiro azoba yaraye atanze ku bimenyeshamakuru, ko abanywanyi ba Econet Wireless bazotangura kubona ivyamwa vy’ivyo basavye vyohinduka. Yarangije yemeye kuzana bishasha mu gisata c’itumatumanako ry’amakuru mu Burundi. Nkuko abatamvyi ba neza baguma bakurikirana, nyuma yiwe umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’urwaruka, amaposita n’ubuhinga bwa none aho yashikirije yerekanye uruhara rudasanzwe rw’amashirahamwe ari mu mubuhinga bwa none muvyo gutumatumanako amakuru ari mu mugwi ugira kabiri mubatanga amakori menshi mu gihugu kandi agafasha no mu migambi y’iterambere mu kwubaka amashure no gufasha ba ntahonikora mu gihugu hose ari naco gituma leta ifasha kworohereza abagwizatunga bashaka guteza imbere igisata c’ubuhinga bwa none. Yasozereye ijambo ryiwe ashimira ukwitanga gukorwa n’ishirahamwe Econet Wireless mu migambi yiterambere rizana mu gihugu. Ibirori vyasozerejwe no gusangirira hamwe ibifungurwa mu munezero ntangere.
ECONET Wireless yatanguje umugambi wo gushumbusha abahuye n’impanuka batobato
Uyu musi kw’igenekerezo rya 16 rusama 2019 muri komine Ntahangwa zone ya kamenge Mu nyubakwa z’ikigo cu rwaruka caho Mu kamenge (Centre Jeunes Kamenge) ishiramwe ECONET Wireless ryatanguje icese  umugambi mushasha  wo gushumbusha abahuye n’impanuka wiritiwe "EcoSure Inkingi" umugambi uje gufasha abantu  bakora imyuga mito mito. Ibirori  vyo gutanguza uwo mugambi vyatewe iteka n’abayobozi bakuru ba ECONET, umuyobozi mukuru wa UCAR Vie, uwutwara CECADE, uwuserukira amashirahamwe yabagendesha amakinga n’ama moto n’abandi batari bake.  N’umugambi uje gufasha abagendesha amakinga ama pikiki n’abakozi bo mu mazu n’abandi bakora imyuga itandukanye kuko usanga ari abantu baciriritse muvy’ubutunzi kandi bahura n’amasanganya kenshi ntibaronke uburyo bwo kwivuza. Ni mwiyo ntumbero rero ECONET  yabazaniye uburyo kwo kubashumbusha Mu gihe bagize ibibazo canke amasanganya  bwiswe EcoSure Inkingi  ,ubwo buryo bwa EcoSure Inkingi  n’ubwa  mbere kandi buzimbutse mu Burundi bukaba bwazanywe n’ishirahamwe ECONET Wireless rifadikanije  na UCAR VIE. N’umugambi uzoshumbusha abiyandikishije mu gihe bashikiwe n’isanganya, indwara canke bitavye Imana. EcoSure Inkingi iri mu mice ibiri aho hari umuce witwa inkingi y’ifeza hamwe n’inkingi y’inzahabu. Umunywanyi ashobora gihitamwo uwomworohereza, Ku gaseke kose umunywanyi ahisemwo azoshobora kurihira rimwe ukwezi kumwe, canke amezi 3, amezi 6 kugera kuri 12. Inkingi y’ifeza irihwa 1500Fbu buri kwezi kandi ifise n’uturusho dutandukanye aho ku witavye Imana (urw’akarago canke isanganya) abiwe basigaye baronswa 900 000 Fbu ; kwivuza bivuye kw’isanganya uwo muntu aronswa 85 000Fbu ; hamwe n’ishumbusho ku bumuga buvuye kw’isanganya aho aca aronswa 900 000Fbu. Inkingi y’inzahabu nayo irihwa 2500 Fbu buri kwezi hama ihurikiyemwo uturusho dutandukanye aho kuwitavye Imana (urw’akarago canke isanganya) abiwe basigaye baronswa 1 800 000 Fbu ; kwivuza bivuye kw’isanganya uwo muntu aronswa 120 000Fbu ; hamwe n’ishumbusho ku bumuga buvuye kw’isanganya aho aca aronswa 1 800 000Fbu. K’umunywanyi wese agize isanganya aca agenda ku bitaro canke ivuriro rimwegereye risanzwe riri muri uwo mugambi wa EcoSure Inkingi hama akavuga nomero ya terefone yiwe bagaca bamuvura batamusavye amahera. Kugeza ubu mwomenya ko ibitaro bimaze kugiranira amasezerano na ECONET  ar’ibitaro umwami karede n’ibitaro vy’abanyagihugu  vyo mu kamenge kandi  amasezerano n’ibindi bitaro arabandanya kugira hose mu gihugu hashikirwe. Mu kwivuza naho abari mumuce w’inkingi y’ifeza bazobavura guhera ku 10 000Fbu gushika 85 000Fbu ku mwaka hama abahurikiye mumuce w’inkingi y’inzahabu bazohora bavuzwa guhera kuri 10 000Fbu gushika kuri 120 000Fbu. Inshumbusho y’uwitavye Imana izohora itangwa uku gukurikira aruko wujuje urupapuro rugenewe gusaba iyo nshumbusho ruboneka mu biro vyose vya ECONET, kuzana  urupapuro rwo kwa Muganga rwemeza ko uwo muntu yitavye Imana n’urupapuro rwa komine rwemeza ko uwo muntu yitavye Imana, kuzana fotokopi y’ikarata karangamuntu y’uwo muntu yitavye Imana hamwe na fotokopi ya karangamuntu y’umusigwa yemerewe kwakira iyo nshumbusho,
Inshumbusho y’uwugize ubumuga buvuye kw’isanganya itangwa aruko ubanje kwuzuza urupapuro rugenewe gusaba iyo nshumbusho ruboneka mu biro vya ECONET, kuzana icegeranyo c’abaganga 2 bamuvuye, kuzana icegeranyo c’igipolisi cemeza iryo sanganya, kuzana ifotokopi ya karangamuntu y’uwo asaba inshumbusho, kuzana fotokopi ya karangamuntu y’uwaje kuyimuronderera mu gihe Atariwe ubwiwe yiyiziye. Mwomenya ko ufyonda *400# kugira winjire muri EcoSure Inkingi
Chanel NSABIMBONA yemeza ko umwana afise ikibanza gito mu bimenyeshamakuru
Umuyobozi mukuru w’ubushikiranganji bwo kumenyeshamakuru hamwe n’ibimenyeshamakuru Chanel NSABIMBONA amenyeshako bagiye gushiraho urunani umugenzi w’umwana ruzofasha guha umwana ikibanza gikwiye mu bimenyeshamakuru kuko basanze umwana afise ikibanzo gito na cane cane mu biganiro bitunganya.
Mu nama yahuje ishirahamwe ryitaho umwana Unicef hamwe n’abayobozi batandukanye b’amaradiyo,ibimenyeshamakuru hamwe n’abamenyeshamakuru bakora ku biganiro vy’abana ,Chanel NSABIMBONA yavuze ko umwana afise ikibanza gito mu binyamakuru kandi ko naho ikiganiro cobaho kijanye no guha ijambo umwana usanga arico gutera inkuru umwana bigatuma ataco yungura mu mutwe mu gihe haba hariho ibindi bintu vyinshi umwana aba akeneye kumenya bijanye n’ubuzima bw’igihugu hamwe nivyo mukuza mu buzima bwiwe aba abayemwo. Chanel NSABIMBONA avuga kandi ko uko kubura ikibanza gishemeye murico gisata arico catumye biyumvira gushiraho urunani ruramba kugira baduze urugero rw’umwana murico gisata kugira baduze urugero rw’umwana agezeko hamwe no gutegura abamenyeshamakuru batunganya ibiganiro bijanye n’agateka k’umwana mu kubahereza ivyiyumviro kugira bategure ivyo biganiro bisunze umugambi w’igihugu w’iterambere uriko ushirwa mu ngiro kuva mu ntango z’umwaka uheze mu ntumbero yo gufasha umwana kuronka ikibanza kiboneka. Uwo muyobozi mukuru w’ubwo bushikiranganji avuga ko basanze ibimenyeshamakuru nka vyose bifise ivyo biganiro ariko basanze bidashemeye kandi basanga ibimenyeshamakuru bifashwa murico gikorwa ari bike naho nyene ari birya vyitwa ko bifise inguvu gusumba ibindi aho usanga nk’ibimenyeshamakuru bica k’urubuga ngurukanabumenyi bitazwi akaba ari naco catumye biyumvira guteza imbere ubumenyi bw’umwana biciye muruyo mugambi w’igihugu mu gufasha ibimenyeshamakuru vyose. Chanel NSABIMBONA avuga kandi ko urwo runani ruzofasha kugira ivyiyumviro abantu bafise babicishe mururwo runani rwiswe umugenzi w’umwana kugira bice mu bushikiranganji hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ineza y’umwana Unicef kugira hakorwe umugambi uri hamwe mu ntumbero yo gushikiriza uburyo bose hamwe no gukarihiriza ubwenge bose.
Nyanza-Lac : Econet Leo na High Life Foundation vyuguruye ikigo cigisha gukoresha imashine nyabwonko “Ordinateur”
Ishirahamwe ryo gutumatumanako Econet Leo rifadikanije nishirahamwe  High Life Foundation  vyararonkeje ishure ryisumbuye rya Mukungu ryo muri zone Mukungu komine Nyanza Lac intara ya Makamba ikigo cigisha ibijanye no gukoresha imashine nyabwoko “Ordinateur” mu ntumbero yo gufasha urwaruka kugira ubushakashatsi hamwe no kwongereza ubumenyi bw’ururimi rw’Icongereza. Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ryo gutumatumanako Econet Leo Nepias NJARAVAZA yavuze ko buguruye ico kigo co kungura ubumenyi  kubijanye no gukoresha imashine nyabwonko kuko kiri muri bimwe mu bikorwa biyemeje mw’ishirahamwe ryabo kandi ko ico kigo batanguje kizofasha abigisha ibijanyeno gukoresha imashine bazozifashisha kugira batange ubumenyi neza. Nepias NJARAVAZA yavuze ati : “Twashimye gushira kino kigo aha i Mukungu kugira kizobe rurangiranwa mu bijanye no gukoresha imashine nyabwonko kandi ivyo tukaba twabikoze nk’uko twama dushigikira ibindi bikorwa vy’iterambere nko kuriha amafaranga abanyeshure bo mamshure yisumbuye canke mu ma kaminuza, kubaka amashure,ibibuga hamwe no gutera ibiti.” Uwo aserukira ishirahamwe EconetLeo yasavye abigisha hamwe n’abanyeshure b’iryo shure ryisumbuye rya Mukungu kuzokoresha neza ivyo bikoresho bahawe bongere bamenye ko  n’urundi rwaruka ruri  inyuma yabo bakeneye kuzobikoresha. Buramatari w’intara ya Makamba Gad NIYUKURI yavuze ko ashimiye ishirahamwe ryo gutumatumanako Econet Leo kubikorwa yaranguye kuriryo shure rya Mukungu bijanye no kuyironsa ikigo cigisha ibijanye no gukoresha imashine nyabwonko hamwe no kubindi bikorwa bitandukanye iryo shirahamwe rimaze gukorera intara arongoye nko gufasha impfuvyi mu mashure,gushigikira inyubako y’intara ya Makamba iriko irubakwa hamwe no mu gikorwa co gutera ibiti.  Gad NIYUKURI yasavye ishirahamwe EconetLeo kubandanya ico gikorwa yongere igishikane no mu yandi ma komine y’intara ya Makamba yongera asaba abarezi baronkejwe inyigisho zijanye no gukoresha imashine nyabwonko kuja guha ubwo bumenyi abandi kandi ikigo baronkejwe bagikoreshe mu ntumbero yo kugwiza ubumenyi bongere hamwe no kubungabunga neza ibikoresho bahawe. Uwaserukiye abigisha baronkejwe inyigisho yavuze ko bashima inyigisho baronkejwe n’ishirahamwe ryo gutumatumanako Econet Leo kandi basaba ko iryo shirahamwe ryobandanya ico gikorwa kandi amashure menshi akaronswa ibikoresho. Ico kigo kijanye no kwigisha ibijanye n’imashine nyabwonko kibaye ica kabiri gishinzwe n’ishirahamwe Econet Leo rirbicishije muri High Life Foundation  inyuma y’icashinzwe i Bujumubura kimaze gusohora abantu bangana ibihumbi 5 bamaze kuharonkera ubumenyi butandukanye hamwe n’impapuro z’umutsindo zerekana ubumenyi baronse. Mwomenyako Ishirahamwe High Life Foundation ari ishirahamwe  rifashwa n’ishirahamwe Econet Leo mu kurangura imigambi yaryo mito mito nko kwigisha abana b’impfuvyi, gutanga ubumenyi kubijanye nogukoresha imashine nyabwonko nibindi. @Photo : Econet leo

Frederic NAHIMANA : « Amaradiyo afise uruhara ntangere mw’iterambere ry’igihugu. »
Umushikiranganji ajejwe ibimenyeshamakuru no kumenyesha amakuru Frederic NAHIMANA amenyeshako  amaradiyo afise uruhara ntangere mw’iterambere ry’igihugu na cane cane mu gutsimbataza intwaro rusangi kandi ko zifasha gutsimbataza kuja inama n’ingingo, guharanira hamwe no gutsimbataza amahoro
Ivyo yabishikirije mw’ijambo ryiwe yashikirije kuruno wa gatatu igenekerezo rya 13 Ruhuhuma 2019 aho buri mwaka kw’igenekerezo rya 13 Ruhuhuma hama hahimbazwa kw’isi umusi mukuru wahariwe Iradiyo. Frederic NAHIMANA avuga ko ari vyiza kubona  amaradiyo abandanya agwira mu gihugu  kuko bituma abanyagihugu bakwirikirana ibiganiro vyinshi bitandukanye bikabagirira akamaro . Uwo mushikiranganji avuga ko zimwe mu ngorane zituma  amaradiyo adakora uko yipfuza mu gihugu ari ubukene bw’uburyo hamwe n’ibikoresho ariko reta izokora ibishoboka kugira ishigikire amaradiyo kuko asanzwe afasha  kugira imigambi ya reta ishikire abanyagihugu gutyo bakayimenya. Mu gihe himirije amatora mu gihugu mu mwaka wa 2020, umushikiranganji Frederic NAHIMANA  asaba abarongoye amaradiyo kwitegurira neza ivyo biringo mu gukora akazi ataho bahengamiye mu gukwirikiza akarangamuntima k’umwuga nkuko vyakozwe mu bindi biringo vy’amatora igihugu kimaze gucamwo. Umusi mukuru mpuzamakungu muruyu mwaka wa 2019 wahimbajwe ku civugo kivuga giti :« Kuja inama n’ingingo mu guharanira amahoro. »
#Video : Econet Leo yatanze imfashanyo yo gufasha kubaka inyubakwa ya Buramatari wa Bujumbura
Ishirahamwe ryo gutumatumano Econet Leo ryarifadikanije n’abanyagihugu bo muri komine Isare intara ya Bujumbura mu bikorwa rusangi bijanye no kubaka inyubako izokoreramwo buramatari w’iyo ntara aho iryo shirahamwe ryatanze ivyuma (fer à béton) 100 bizofasha kuriyo nyubako. Celestin BUKENE ajejwe imigenderanire mw’ishirahamwe Econet Leo yamenyesheje ko mw’ishirahamwe ryabo kiretse ibikorwa vy’urudandazwa basanzwe bakora risanzwe rifasha no mu bikorwa vy’iterambere na cane cane  gushigikira no kwifatanya n’abanyagihugu kuko mw’ishirahamwe ryabo batahuye ko iterambere rihera ku munyagihugu rikongera rikamusubirako. Celestin BUKENE avuga ko mw’ishirahamwe ryo gutumatumanako Econet Leo batahura ko kugira batere imbere ari abanyagihugu babateza imbere kuko abanyagihugu batariho ngo batere imbere ishirahamwe naryo nyene ritotera imbere. Uwo ajejwe imigenderanire mw’ishirahamwe Econet Leo mw’ijambo ryiwe yasavye abanyagihugu bo muri komine Isare kubandanya bakoresha umuhora wa Econet Leo mu guterefona kuko imfashanyo bazana iva mu gace k’amafaranga baba bakoresheje mu guterefona. Umushikiranganji w’amaposita,urwaruka no gutumatumanako Evelyne BUTOYI yarashimiye ishirahamwe Econet Leo kubona yaritavye akamo batewe bagatanga imfashanyo y’ivyo vyuma kuko bizofasha kugira iyo nyubakwa izokorerwamwo na buramatari w’intara ya Bujumbura ishobore kwinjirwa mu misi iri imbere. Evelyne BUTOYI yasavye ishirahamwe Econet Leo kuzobandanya ibashigikira mu bikorwa kuko abanyagihugu bo muri komine Isare eka no mu ntara muri rusangi basanzwe bakoresha umuhora w’iryo shirahamwe. Komine Isare y’intara ya Bujumbura ibaye ikomine ya kabiri igendewe n’ishirahamwe Econet Leo muriyo ntara inyuma ya komine Mutimbizi mu gihe ku rwego rw’igihugu ibaye ikomine ya 22 igendewe n’iryo shirahamwe.
Econet Leo yabateguriye utuganuke dutandukanye muri KULA KUKU YA NOELI
Mu ntumbero yo gufasha abanywanyi baryo guhimbaza umusi mukuru wa Noeli hamwe n’umwaka mushasha wimirije,ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru Econet Leo ryatanze utuganuke kuri uno wa gatanu, igenekerezo rya 23 Munyonyo umwaka wa 2018 ku bantu batsinze muri tombola yiswe “Kula Kuku ya Noeli”. Muri ico gikorwa co gutanga utwo tuganuke ku batsinze mw’ihiganwa “Kula Kuku ya Noeli” cabereye ku kibanza citiriwe « Ukwikukira » kiri hagati mu gisagara ca Bujumbura aho  abantu baribakubise harazima kubera ubwinshi bwab. Bakaba bari bagizwe na bamwe mu batsinze, abaje kurorera uko ubwo bushimwe butangwa hamwe n’umurwi w’abatamvyi wateramishije abantu mu gutamba no kuririmba.
Umwe mu bajejwe ivy’ubudandaji mw’ishirahamwe Econet Leo, Rhaissa MUGISHA amenyesha ko  kubera ari mu mpera z’umwaka, Econet leo yiyumviriye gushiraho iyo tombola  « Kula Kuku ya Noeli » mu ntumbero yo korohereza abanywanyi b’ishirahamwe rya Econet leo gusozera umwaka neza. Raissa MUGISHA avuga ko iyi tombola  yuyu mwaka wa 2018 ibaye nshasha agereranije n’izindi zahora zikorwa kuko ariyo irimwo ibintu vyinshi bariko baratanga iruhande yivyo bahora batanga nk’ama inite, ama terefone ubu hari ivyo bongeyeko  ibindi nk’impene ,inkoko, umuceri kuko arivyo biyumviriye ko abanywanyi babo bashobora gukenera mu gusozera umwaka neza. Innocent HAKIZIMANA ava muri komine NYABIRABA mu ntara ya Bujumbura ari mu batsindiye impene avuga ko ashimira ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru Econet leo kubona yarabiyumviriyeko kugira ibaronse utuganuke mu mpera z’umwaka. Innocent HAKIZIMANA asaba abanywanyi b’ishirahamwe rya Econet leo kubandanya bashiramwo ama inite menshi mu mirongo yabo kugira nabo bashobore gutsindire ubushimwe butandukanye. Oscar SIBOMANA ava muri komine Kabezi mu ntara ya Bujumbura ari mu batsindiye inkoko avuga ko ashima gose kubona ishirahamwe ryo gutumatumanako Econet leo ryashikije ivyo vyasezeranye ; vyerekana ko itayaga amasigaracicaro. Tubibutseko tombola ya Kula Kuku ya Noeli yatanguye igenekerezo rya 11 Munyonyo 2018 ikaba izosozerwa kw’igenekerezo rya 31 Kigarama uyu mwaka wa 2018. Abantu barenga ibihumbi indwi  akaba aribo bitezwe kuzotsindira utuganuke. Bimwe muvyo bashobora gutsindira akaba ari amaterefone, ama inite, umuceri, inkoko, impene hamwe n’amakinga. Mu kugwiza no kurondera amahirwe yo kwinjira no gutsindira utuganuke twa KULA KUKU YA NOELI, umunywanyi ahamagariwe gushiramwo ama inite kugeza ashikiriye urugero rusabwa ku musi ku munsi, urwo rugero akaba arubona aciye kuri *123#. Umunywanyi rero ahamagarirwa gushiramwo ama inite y’ikarata, ama inite ya UZUZA canke ashizemwo ama unite akoresheje Ecocash. Gushiramwo ama inite arenga urugero rwawe rwo ku munsi, bikaba birwiza amahirwe y’umunywanyi yo gutsinda muri KULA KUKU YA NOELI.

Ubwo abantu bose bagumye bibaza ico amaterefone yabo yabaye, vyoba vyavuye kuki, vyakozwe nande ?
Ivyazindutse bivugwa kuva mu gitondo co kuri uyu wa gatatu ko imbuga ngurukanabumenyi mu  Burundi zoba zaciwe kuri uyu musi w’amatora, bihejeje kwemezwa n’ishirahamwe NetBlocks, risanzwe arivyo ritunganya imbuga ngurukanabumenyo kw’isi yose. Iryo shirahamwe rihejeje gushira ahabona ibiharuro vyerekana ko imihora ya Interinete mu Burundi ariyo (Econet, Onatel na Lumitel) vyaciwe ku mbuga ngurukanabumenyi nka WhatsApp, Instagram, Facebook, Twitter na Telegram. Mu karere ka Afrika y’ibiyaga binini, vyamaze kuba nk’umugenzo kuko mu mwaka wa 2016, imbuga ngurukanabumenyi zaraciwe mu gihe hariko haba amatora y’umukuru w’ugihugu ca Uganda mu ntumbero yo kubuza abantu bafise ivyiyumviro bibi gukwiragiza ubutumwa ataribwo. Tukabamenyeshako ahandi bikunze kuboneka ari mu gihugu ca Repubulika iharanira demokarasi ya Congo RDC iyo hitezwe igikorwa mu gihugu gikomeye nk’amatora.
BISHASHA NA ECONET WIRELESS N’URWARUKA
Nkuko ryama ribikora mu ntumbero yo kworohereza abanywanyi baryo, ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru, umuvyeyi w’iyindi mihora “Econet Wireless”, rizaniye urwaruka ama karata simu (Cartes Sim) afise uturusho dutandukanye, ayo nayo akaba aje gufasha urwaruka rusanzwe rukoresha uyo muhora co kimwe n’urwipfuza kuwukoresha guhanahana amakuru rworohewe. Ikarata simu (Carte sim) ya mbere yitwa “Fresh”, yagenewe urwaruka ruri hagati y’imyaka 16 na 19, ikaba igurwa amafaranga 1000 gusa. Uyiguze usangamwo uturusho dutandukanye nkama Mega 300, ubutumwa (messages) 100 bumara iminsi 30, ukurungika ubutumwa bwiharije k’umuhora wa Econet ukoresheje Econet kumafaranga 15 gusa. Akabirya nuko ukwezi guheze uronka ibice 10% vy’ubutumwa bugufi (messages) uzoba warungitse mu kwezi kwose. Nayo Ikarata simu (carte sim) ya kabiri ariyo “Easy”, igenewe urwaruka ruri hagati y’imyaka 20 na 25, ikaba igurwa amafaranga 2000. Iyo uyiguze, usangamwo ama Mega 600 n’ubutumwa (messages) 150 bimara iminsi 30, ukurungika ubutumwa bwiharije k’umuhora wa Econet ukoresheje Econet ku mafaranga 15 gusa. Naho nyene akabirya nuko uronswa iyo ukwezi guheze ibice 5% vy’ubutumwa bugufi (message) uzoba warungitse mu kwezi. Usanzwe ufise ikarata Simu ya Econet ukaba ufise iyo myaka nyene, nturinda kugura iyindi nshasha. Ahubwo uca ufyonda *404*6*3# hanyuma ugaheza ukariha ayo mahera nawe ukinjira mu murwi w-abaronka utwo turusho. Ishirahamwe Econet Wireless rikabandanya ribipfuriza kwigina uturusho dutandukanye ribaronsa ndetse n’umwaka mwiza wa 2020.
Ntihararengerana ko urwego CNC rufuta itegeko ruheruka gushiriraho abamenyeshamakuru
Mu kiganiro umukuru w’umugambwe CNL umushingamateka Agathon Rwasa yahaye imwe mu maradiyo mpuzamakungu, yamenyesheje ko itegeko ribuza abamenyeshamakuru kuzovuga ivyo biboneye ku rubuga mu gihe co guharura ibizoba vyavuye mu matora twimirije ya  2020 ariko bakaridira gutangaza ibiharuro bizoba bitanzwe n’abajejwe gutunganya amatora, riciye kubiri n’ibwirizwa nshingiro rirekurira  umurundi gushikiriza iciyumiro ciwe yisunze amategeko.
Agathon Rwasa yagize ati « Twebwe icotuzi abamenyeshamakuru barize uwo mwuga barazi ico batangaza n’ico badatangaza, naho urwego rujejwe gucungera uko amakuru atangwa CNC rwafashe iyo ngingo ntiyisunze amategeko, ibwirizwa nshingiro n’ amategeko dufise uno munsi ararekurira umuntu wese kumenya ibimwega. Amatora naya twese kuki botwaka uburenganzira bwo kumenya ibiriko biraba. Ntihararengerana CNC n’ifute iyo ngingo ». Umukuru w’umugambwe CNL umushingamateka Rwasa agasaba abamenyeshamakuru nabo kuzokora nk’abanyamwuga nyene ntibazohengame canke ngo bashikuze. Muri ico kiganiro Agathon Rwasa yagarutse kandi ku ngoro za CNL zirenga 50 zimaze kubomorwa kwononwa no guturirwa. Indongozi ya CNL yavuze ko itotezwa kubanywanyi biwe muri kino gihe ko rikomeye cane muri komine Kanyosha y’intara ya Bujumbura  n’intara ya Karusi. Rwasa akavuga ko nko mu Kanyosha abantu bashika 20 bose avuga ko ari abanywanyi biwe bamaze gufungwa inyuma yiraswa ry’umukuru wa zone Muyira, aho hafatwa umugabo, umugore n’umwana yoba akuze ngo bagasiga impinja atakiziraba. I karusi, Rwasa avuga ko umunywanyi wiwe yahagaritswe « yagiriwe irementanya ko atunze grenade ». akavuga ko muri kino gihe abantu bagera 200 b’abanywanyi biwe babarizwa mu munyororo. Agasaba abategetsi kuvavanura no gukingira ikibaba inkozi z’ikibi, mufata abataco bazira. Akaba yabajijwe ico ariko arakora kugira arekuze abo banywanyi biwe mugihe ari icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka, Agathon Rwasa yagize ati : « Amaradiyo yigenga ntakiri menshi mu Burundi, kugira umuntu bamwumve avuga ariko turabonana n’abantu tukavugana hari abarekurwa naho atari ngombwa ko ncanja ku maradiyo kuvuga ngo navuganye nanaka canke naka, ariko ico kibazo turacitayeho ». Umukuru w’umugambwe CNL yavuze ko bigisha abanywanyi babo kuzoguma ku ma biro y’amatora umunsi wa matora kugira birabire uko amajwi aharurwa. Akemeza ko batazikura mu matora bazoyajamwo yose.
Ishirahamwe Whatsapp ryitwariye ishirahamwe ryo muri Israël NSO
WhatsApp, n’ishirahamwe ryo gutumatumanako rikunzwe cane kw’isi ryegukira Facebook kuva mu mwaka wa 2014. Rya menyesheje ko rigiye kwitwarira NSO yaba nya Isirayeri karuhariwe mu gusuma urusaku. Whatsapp riryagiriza kuba ryarafashije mugukora ubuhinga pegasus bwo gusuma urusaku mu ma whatsapp ya bantu bamwe bamwe.
« Ishirahamwe NSO ubwaryo  ryoba ryarafasahije mu gukwiragiza ihamagara ryafashije kwinjira mu matelefone y’abaharanira agateka ka zina muntu n’abamenyeshamakuru », vyavuzwe n’umwe mubayobozi ba Whataspp. Abantu ijana na cane cane mu bamenyeshamakuru nabo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike nibo bari bamaze gukorwako n’ubwo buhinga kuva mu kwezi kwa 5 muri uyu mwaka 2019, kw’isi yose. Nayo amatelefone 1400 aramaze guterwa. Mu bihugu vyatewe harimwo Bahreïn,  leta zunzwe ubumwe z’abarabu na Mexique.  Mubihugu Vya Afrika bikavugwa ko igihugu c’urwanda na Maroc NSO ikaba yarabeshuje ivyavuzwe na Whatsapp ko itagurisha ubwo buhinga bwo kwinjira mu ma whatsapp ya bantu, ivyo ishirahamwe Whatsapp ridashaka kwumva na gato, kuko rivuga ko ryabonye ubwo buhinga bwa Pegasus bufitaniye isano na NSO. Whatsapp ikavuga ko hakoreshejwe ubuhinga buhanitse ariko ko batashoboye gusibanganya ibimenyetso.
Televiziyo nkuru y’igihugu (RTNB) kuri CANAL+
Nkuko ryabikoze mubindi bihugu bitandukanye kumugabane wa afrika, unomunsi kw’igenekerezo rya 15 gitugutu umwaka wa 2019, niho ishirahamwe Canal+ ryamenyesha abarundi baba mugihugu nabari hanze y’igihugu ko bagiye kuza barakurikirana imboneshakure nkuru y’Igihugu cacu c’Uburundi( RTNB) muma shene asanzwe yerekanwa niryo shirahamwe. Yari umugitondo co kuruyu wa kabiri, igenekerezo rya 15 gitugutu umwaka wa 2019 mu nyubakwa za Canal+, aho uwusanzwe aserukikira iryo ishirahamwe ngaha muburundi Joel BADA, yatanga ikiganiro kubanditsi n’abamenyeshamakuru, aho yashikirije ama shene mashasha ashika kuri munani abasanzwe bakoresha ama ‘ décodeurs ’ ya canal+ kuva kuruyu wa kabiri, akabandanya amenyesha  ko ari inkuru nziza kubarundi bose kuko murayo ma shene harimwo ‘Télévision’ nkuru y’ igihugu cacu c’Uburundi, aho muyisanga kuri shene ya 375. Izo shene nazo nizi : 1.	RTNB (Radiotélévision Nationale du Burundi) ;
2.	NCI (Nouvelle chaine Sénégalaise) ;
3.	M6 International ;
4.	Trace AFRIKORA ;
5.	Ludikids ;
6.	Automoto-Sport ;
7.	Sunu Yeuf ;
8.	Cuisine. Tukabamenyeshako, izo shene ushobora kuzibona zose guhera k’umutekero w’amahera 17 000 FBU witwa ACCESS.
Econet wireless yashizeho ibisata bishasha « EcoSante » na « Football » ku banywanyi baryo
Econet wireless, umuhora ukura iyindi mu vyo gutumatumanako amakuru (telecoms) yashizeho ibisata bibiri bishasha ku banywanyi baryo : Igisata EcoSanté hamwe n’igisata Football. Ico gisata gishasha “EcoSanté” kije guha abanywanyi akarusho mu bijanye n’amagara y’abantu mu kubashikiriza ku munsi ku munsi amakuru agezweho, bishasha muri ico gisata n’impanuro zo kubaho neza, kwitaho amagara yanyu akaguma ari meza, guta ibiro hamwe n’ivyo gukirikirana ivy’igisukari. Kwiyandikisha kuri “EcoSante”, baca kuri *321*2# OK. Ku bakunzi b’umupira w’amaguru nabo, igisata « Football » caje gusahiriza, muri bino bihe hasubiye gutangura inkino zikomakomeye. Ku munsi ku munsi, umunywanyi yiyandikishije aronswa amakuru y’inkino cane cane ku munsi haba hariho inkino : ico gihe umunywanyi aronka amakuru umwanya ku mwanya. Kwiyandikisha kuri “Football”, baca kuri *321*3# OK. Kimwe muvyo uzoba ushaka kumenya bitwara amafaranga atarenga ijana (100BIF)  y’amarundi ku munsi.
Econet wireless ikaba idahengeshanya kuzanira abanywanyi bayo ibintu bishasha kandi bigezweho, mu bisata bitandukanye. Ama services yose ya Econet wireless muyasanga kuri *900# OK.
 Mbega Facebook yoba yumviriza mu mpisho ibivugwa n’abayikoresha ?
Mumatohoza yashizwe ahabona n’ikinyamakuru Bloomberg co muri leta zunze ubumwe z’ Amerika ku munsi wa kabiri itarike 13 myandagaro 2019, yerekanye ko ikigo gikomeye kw’isi muvyo gutumatumanako amakuru Facebook cumviriza mu mpisho abanywanyi baco. Ayo matohoza akavuga ko Mark Zuckerberg asanzwe ari nyene facebook, ariha abakozi kugira bakurikirane ibivugirwa n’abantu bamwe bamwe kuri facebook. Amakuru ngo baheza bakaronka ngo abafitiye akamaro ntangere kubera baheza bakamenya ingene uko bamamaza ibikorwa vy’abo n’uguteza imbere ibijanye n’ubuhinga bwa none  bafatiye ku myidogo canke ibindi vyavuzwe nabo banywanyi ba facebook. Sivyo gusa ngo ayo makuru aranagurishwa kubindi bigo bikora urudandazwa kugira bimenye uko vyamamaza ibidandazwa vyabo. Sirya mbere Facebook yagirizwa kwumviriza abakoresha urwo rubuga. Mumwaka w’2018, ikinyamakuru c’abongereza Guardian caragirije ico kigo, biraheza bituma umugwizatunga w’umunyamerika Marc Zukerberg  arengutswa mu nama nshingamateka y’Amerika kugira yisigure kurivyo yagirizwa. Mu nyishu yatanze yavuze ko ari abashaka gucafuza ikigo ciwe, yongerako ko ivyo atavyo bakora.  Ni bindi bigo  navyo nyene bikomeye muvyo gutumatumanako amakuru vyaragirijwe mu kwezi kwa Ndamukiza uyu mwaka n’ico kinyamakuru nyene cisunze amatohoza cakoze  kuri  Google, Amazon, Apple na  Microsoft. Biramutse bigaragaye bikemezwa ko ivyo bigo vy’uvyumviriza ababikoresha bishobora guhanishwa amande y’ama miliyoni menshi y’ama dollars.
Hatanzwe isango ntarengwa kugira ubumwanya ntibusubire kwinjizwa  mu Burundi
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 13 myandagaro uyu mwaka, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Déo Guide Rurema yamenyesheje ko kuva kw’igenekerezo rya 22 myandagaro 2019 ata kamwanya (sachets) canke ivyo babuhinguramwo bizosubira kwinjizwa mu Burundi ndetse ngo nabari bafise impusha zokubwinjiza zizoba zahagaritswe. Mu biharuro vyatanzwe ubumwanya n’ibibihingurwamwo vyarinjijwe ku bwinshi kuva umukuru w’igihugu ateye umukono kw’itegko ribuza iyinjizwa ryavyo mu Burundi. Ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije bunagabisha uwo wese azofatanwa akamwanya inyuma y’ikiringo catanzwe ko azohanwa hisunzwe amategeko. Ubwo bushikiranganji bukanasaba ikigo gitoza amakori ya leta OBR n’abajejwe umutekano kuzobafasha kwubahiriza iyo ngingo. Ubushikinganji buranahumuriza abanyagihugu ko batazobura ivyo basumiramwo kuko ngo hari amashirahamwe akora ibizosubirira ubwo bumwanya, nk’amagapo, ibikoresho bikoze mu mpapuro n’ibindi. Ayo mashiramwe ngo hari n’itegeko ryateguwe kugira riyorohereze. Hagaterwa akamo amashirahamwe yahora yinjiza ubumwanya n’ibibukorwamwo kwijukira kwinjiza ibikorwamwo ivyosubirira ubu mwanya. Itarike 8 myandagaro 2018, umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza yateye umukono kw’itegko ribuza iyinjizwa mu Burundi, ugukora n’ukudandaza n’ugukoresha ubumwanya. Iryo tegeko nyene rikaba ryatanga ikiringo c’amezi 18, kugira ibiri mu bubiko n’ivyahinguwe bihera kudandazwa canke gukoreshwa.
Ishirahamwe Econet Leo rirahakana ko ritagurishijwe
Mw’itangazo ryasohowe niryo shirahamwe kuri uyu wa mbere itarike 05 myandagaro 2019, ryamirira kure amakuru yaramaze iminsi aca ku mbuga ngurukana bumenyi yavuga ko ryagurishijwe kurindi shirahamwe ryitwa AGA KHAN. Muri iryo tangazo ryateweko umukono na Hardy Pemhiwa, umuyobozi w’urwego nshingwantwaro rwa Econet-Leo avuga ko ishiramwe Econet rifitaniye imigenderanire myiza nayandi mashirahamwe akorera muvyo gutumatumanako ko kandi bishika bagasangira n’ayo mashirahamwe nyene inyuma bimwebimwe bakoresha. Nayo izo nkuru zokugurisha ntashingiro zigira ntanuwukwiye kuzitako umwanya.
Ishirwa ku mugaragaro rya Aprikasiyo nshasha yitwa SASAi izanye akarusho hamwe na Econet wireless
Kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 1 Myandagaro 2019, Ishirahamwe Cassava Fintech Burundi, riraba ibikorwa vya Ecocash mu Burundi, rifadikanije na Econet Wireless ryateguye ibirori vyo gushira ahabona ubuhinga bushasha bwitwa SASAI aho ubwo buhinga buzanye akarusho hamwe no guteza imbere igisata c’itumatumanako ry’amakuru mu Burundi. Ivyo birori vyabereye ahari icicaro gikuru c’ishirahamwe Econet-Leo bikaba vyitabiriwe nabatari bake basanzwe bakora mu mashirahamwe atandukanye hamwe n’amabanki atandukanye yo ngaha mu Burundi hamwe n’abasanzwe bakorana niryo shirahamwe Econet-Leo. Ishirahamwe Cassava Fintech Burundi ifadikanije n’ishirahamwe rikuru ry’aryo Cassava Fintech mpuzamakungu hamwe n’umuhora wo mu Burundi wa Econet Wireless bazanye ubuhinga bwa aprikasiyo yitwa SASAi. Iyo aprikasiyo ya SASAi ni nshasha mu Burundi mbere ni na nshasha mu karere kubuseruko bwa Afrika aho ikoreshwa kubafise amaterefone amwe manini asanzwe ajamwo za aprikasiyo nka whastapp nizindi.iyo aprikasiyo ushobora kuyironka uciye muri Google Play canke iOS. SASAi nayo nyene ije ikora nka Whastapp kuko ushobora kurungika ubutumwa, ukarungika amasanamu, ugashobora no guhamagara incuti n’abagenzi. Ariko ico ije yungura nuko yoyo ishobora gukoreshwa mu no kuriha ibintu, canke ukarungikira umuntu amahera nka kumwe bisanzwe bikorwa ukoresheje ecocash. Ikindi nuko ushobora kuraba ibidandazwa biri kure ukazonashobora no kubigura utarinze urashika aho biri. Ni aprikasiyo imwe muga  ihurikiyemwo ibintu vyinshi icarimwe. Abayikoresha bazoshobora kuza bararira ibidandazwa canke ibintu bintu vyose canke barungikire amahera uwo bashaka mu gihe bazoba basanzwe bafise Ikonte ya Ecocash. Ku basanzwe badafise ikaratasimu ya Econet wireless canke badafise nikonte ya Ecocash, barashobora gukoresha iyo aprikasiyo muga bobo bagarukira gusa muvyo gutanga ubutumwa, guhamagarana hamwe no gutanga amasanamu. Mw’ijambo umuyobozi mukuru wa Econet-Leo yashikirije, yavuze ko ivyo vyose bariko barakora ari muri wa mugambi iryo shirahamwe rifise wukwo babwiwe none bariko barishura. Yongeye kandi aramenyesha ko ubwo buhinga buzozana ihinduka ridasanzwe muvy’itumatumanako ry’amakuru mu Burundi.
Econet Leo ibazaniye KULA KUKU YA NOELI ! !
Mu ntumbero yo kubafasha guhimbaza neza umusi mukuru wa Noeli n’iminsi mikuru yo kurangiza umwaka, ishirahamwe ryo gutumatumanako Econet leo ryarabazaniye tombola « KULA KUKU YA NOELI »  Akarusho KULA KUKU YA NOELI ni akarusho kagenewe umunywanyi wese wa Econet leo ashira ama inite muri terefone ! Ubushimwe butanganje cane bukaba butegekanijwe muri urwo rukino, nka terefone, ama inite, umuceri, inkoko, impene n’amakinga. Mu kugwiza no kurondera amahirwe yo kwinjira no gutsindira utuganuke twa KULA KUKU YA NOELI, umunywanyi ahamagariwe gushiramwo ama inite kugeza ashikiriye urugezo rwiwe rusabwa ku musi ku munsi, urwo rugezo akaba arubona aciye kuri *123#. Umunywanyi rero ahamagarirwa gushiramwo ama inite y’ikarata, ama inite ya UZUZA canke ashizemwo ama unite akoresheje Ecocash. Gushiramwo ama inite arenga urugezo rwawe rwo ku munsi, birwiza amahirwe y’umunywanyi yo gutsinda muri KULA KUKU YA NOELI. Kula Kuku ya Noeli rero nta manota bisaba kugira utsinde kuko ni tombola si ihiganwa. Kuronka abatsinda  hatorwa inomero mu manimero menshi aba yashoboye ku munsi ku munsi gushikana urugezo rwiwe rusabwa ku musi ku munsi, urwo rugezo akaba arubona aciye kuri *123#. Gushikana urwo rugezo ni ugushiramwo ama inite ukoresheje ikarata, Uzuza canke Ecocash. Uko ubandanya ushiramwo ama inite niko urwiza amahirwe yo gutsinda. Nta mafaranga bisaba kiretse gushira ama inite muri terefone yawe kandi ama inite washizemwo aguma muri terefone yawe ukayakoresha nk’uko bisanzwe, nk’uko uvyifuza, haba mu guhamagara incuti zawe, kwandika ubutumwa bugufi SMS, kuja ku mbuga ngurukanabumenyi –Internet, canke mu yandi ma serevise nka AKAZIKI (*408#), Utuntu n’Utundi (*321#), n’ibindi. Mu tuganuke dutangaje cane mutsindira na KULA KUKU YA NOELI na Econet leo, harimwo inkoko, imifuko y’umuceri, impene, ama terefone, amakinga, ama inite. Hakaba hariho abatsinda ku munsi (inkoko, ama inite, umuceri, terefone) n’amakinga canke impene bitangwa ku ndwi ku ndwi gushika kw’igenekerezo rya 30 Kigarama umwaka wa 2018. Ivyo bikorwa kandi bigakorwa mu ntara zose z’igihugu uwariwe wese agashobora gutsinda yaba uwufise amikoro make canke uwutunze mu gihe yakwirikije ibisabwa agaheza akaronka amahirwe yo gutsinda. Kugira umenye ko uri mu batsindiye utuganuke, buri musi ishirahamwe Econet leo ryarategekanije guhitamwo abatsindiye utuganuke dutandukanye ku musi ku musi, uwatowe agaca abibwirwa ahamagawe n’inomero 123. Yitavye, aca ahabwa isango azoja gutorerako akaganuke kiwe, kandi aho nyene mu ntara akaba ariho ashikirizwa utwo tuganuke twiwe yatsindiye. Kugira ushikire imbona nkubone akaganuke kawe watsindiye, biciye k’umukura wa Econet leo mu ntara urahamagarwa, ugahabwa isango ujayo kugatora. Menya neza = Abanywanyi bakoresha Postpaid ntibikunda ko baja muri iyo tombola kuko badashiramwo amakarata yabo imbere yo guhamagara. Abanywanyi Prepaid bakoresha ama inite babanje kuyashiramwo nk-ikarata canke transfert UZUZA canke na EcoCash nibo bikunda guhiganwa muri tombola ya KULA KUKU YA NOELI.

Econet Leo yatanze intererano y’amabati 50 kw’ishure ryisumbuye rya Sainte Therese de Mushasha
Ishirahamwe ryo gutumatumano Econet Leo ryatanze kuruno wa gatandatu igenekerezo rya 10 Munyonyo umwaka wa 2018 intererano y’amabati 50 yo mu bwoko bwa BG 28 kw’ishure ryisumbuye « Lycee Sainte Therese de Mushasha » ryo ku murwa mukuru w’intara ya Gitega. Celestin BUKENE ajejwe imigenderanire mw’ishirahamwe Econet Leo akaba ariwe yashikirije iyo mfashanyo y’amabati ,yamenyesheje ko iyo ntererano bayitanze mu ntumbero yo kwitaba akamo batewe n’ishirahamwe « Association Ex ENF » rihurikiyemwo abahoze biga kuriryo shure kugira baterere umuganda wabo mu bikorwa vy’inyubako iryo shure risanzwe rifise. Celestin BUKENE yavuze ko ishirahamwe Econet Leo risanzwe rishigikira ibikorwa vy’iterambere na cane cane mu bijanye n’amashure eka no mu bindi bintu bitandukanye. Umuyobozi w’ishure ryisumbuye rya Sainte Therese de Mushasha,Sœur Polemie NSABIMANA yamenyesheje ko ashimiye ishirahamwe Econet Leo kubona ryifadikanije nabo mu kwitaba akamo batewe mu kubaronsa ingabire y’amabati. Sœur Polemie NSABIMANA yasavye uwaserukiye ishirahamwe Econet Leo kuzobandanya babafasha hamwe no kubafata mu mugongo mu bindi bikorwa vy’iryo shure.
Econet Leo yatanze intererano y’amabati 100
Ishirahamwe ryo gutumatumanako Econet Leo ryatanze kuruno wa gatandatu igenekerezo rya 3 Munyonyo umwaka wa 2018,intererano y’amabati 100 agenewe gusakara ibirasi 2 hamwe n’ibaraza vyo kw’ishure nshingiro rya Karindo riri ku gacimbiri Karindo k’umusozi wa Rutana zone Rutana muri komine n’intara ya Rutana. Celestin BUKENE ajejwe imigenderanire mw’ishirahamwe Econet Leo yashikirije iyo ntererano yamenyesheje ko ayo mabati bayatanze mu ntumbero yo gushigikira ibikorwa rusangi kuko biteza imbere abantu. Celestin BUKENE yavuze ati : “Musitanteri wanyu yaduterefonye kenshi atubwira ko hari amashure amerewe nabi abuze ibisakazo nico gituma twaje tuzananye amabati 100 twongera tuzanana inguvu zo gukora mu kwifatanya namwe mu bikorwa rusangi. ” Uwo ajejwe imigenderanire mw’ishirahamwe Econet Leo yasavye abanyakarindo kubandanya baterefona no kwijukira umuhora wa Econet Leo kuko amabati batanze yavuye mu mafaranga bakoresha mu guterefona bakoreshe umuhora wa Econet Leo. Celestin BUKENE yavuze ati :“Ayo mabati nimwe mwayiguriye kuko yavuye mu mafaranga mukoresha muguterefona niyo mwabandanya muterefona tuzogaruka,mutabandanije naho muzoba mutubwiye ati nimugende.” Musitanteri wa komine Rutana Isidora NKUNDIZANYE yavuze ko ashimiye isirahamwe ryo gutumatumanako Econet Leo ku ntererano y’amabati yabaronkeje kugira ishure nshingiro rya Karindo rishobore gusakarwa. Umuyobozi mukuru w’indero mu ntara ya Rutana Simeon NGENZEBUHORO yavuze ko ibikorwa ishirahamwe Econet Leo ikora ari vyiza kuko riterera mu bikorwa vy’iterambere abantu bose n’ayandi mashirahamwe akwiye gufatira akarorero kuriryo shirahamwe. Simeon NGENZEBUHORO yasavye abanyakarindo kubandanya bahahana amakuru mu guterefona bakoresheje umuhora wa Econet Leo kuko iryo shirahamwe ryaje kubera babonye ko murako gace abantu baho bahamagara kenshi bakoresheje uwo muhora. Imbere yo gushikiriza intererano y’amabati abakozi b’ishirahamwe Econet Leo babanje kwifadikanya n’abanyagihugu bo muri Karindo mu gikorwa co gusukura ibarabara riva mu Karindo rija aho bita Mw’ishanga. Ikomine ya Rutana igize iya 19 ishirahamwe ryo gutumatumanako Econet Leo rigendeye mu ntumbero yo gushigikira no kwifatanya n’abanyagihugu mu bikorwa rusangi.
Les Etats-Unis veulent créer leur armée de l’espace
Les Etats-Unis ont annoncé jeudi la création de leur « Force de l’espace », qui devra être une composante à part entière de l’armée américaine. Soutenu avec enthousiasme par Donald Trump, ce projet veut répondre à l’évolution technologique qui a fait de l’espace un champ de bataille décisif. Cette « Space Force » qui fonctionnerait donc indépendamment de l’US Air Force et que l’administration voudrait mettre en service d’ici deux ans, ne fait pourtant pas l’unanimité. Rien ne garantit donc que le Congrès, seul habilité à créer une nouvelle branche militaire, validera l’ambition de la Maison Blanche. A peine la création d’une « Force de l’espace » était-elle rendue publique que les supporters de Donald Trump recevaient un courriel les invitant à choisir leur logo préféré parmi six propositions. Le projet est en effet, aussi, une opération de communication en phase avec le slogan présidentiel, « Rendre sa grandeur à l’Amérique ». Trump promet toujours plus, l’univers est un terrain de jeu à la démesure de son ambition. Mais si les Etats-Unis veulent dominer l’espace, c’est évidemment, d’abord, pour assurer leur défense. La sécurisation des satellites est désormais un enjeu majeur et la Chine ou la Russie voudraient remettre en cause la suprématie spatiale américaine. « Nos adversaires ont déjà transformé l’espace en domaine de combat », a ainsi noté le vice-président Mike Pence. Une mise en place pas si simple Toutefois, le Pentagone est encore plutôt sceptique. Jusqu’à présent, l’US Air Force avait la principale responsabilité du domaine spatial et ajouter une sixième branche à l’armée, avec un nouveau commandement à part entière, est loin d’être anodin. Des élus notent même tout simplement que cela entraînera d’importants frais administratifs qui pourraient être évités. Avant de partir à la conquête de Mars, la Force de l’Espace va donc d’abord devoir convaincre le Congrès américain.
Ikigo OBR kigiye guhimbaza imyaka 10 iheze gishinzwe, umwimbu urashimishije
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri itarike 29 gitugutu, umushingamateka Audace Niyonzima,  umuyobozi mukuru  w’ikogo gitoza amatagisi n’amakori OBR yamenyesheje ko ikigo arongoye gikwije imyaka  10. Umukuru w’igihugu yateye umukono kw’itegeko rigishinga ico kigo kw’igenekerezo rya 14 mukakaro2009. Umushingamateka Audace Niyonzima avuga ko muri iyo myaka OBR yaranguye ibitari bike na cane cane kw’ihangiro nyamukuru ryayo ryo gutoza amatagisi na makori. Yagarutse ku biharuro vyi ngene amakori yagiye araduga. Nkuko vyavuzwe na Niyonzima, kugeza mu mwaka w’2009 hatozwa amakori yagera ku miliyaridi 301 ariko mu mwaka 2018 akaba yageze ku maliyaridi 897. Ubu OBR ikaba ifise ihangiro yo gushikana i miliyalidi 900 muri uyu mwaka 2019 ushira uwa 2020, umwimbu ukaba umaze kwiyongera incuro zitatu. Mu kigo OBR bakishimira ko ihangiro leta ibaha barishikana. Ikigo OBR carashoboye muri iyo myaka gukoresha amategeko asa nayagenga ibindi bigo vyo mu karere. Ico kigo kikishimira ko catujije naho urugamba rukibandanya abakora urudandazwa rwa magendo, Aha umuyobozi mukuru akaba yibukije ko uranze ibicuruzwa vya magendo aronswa ibice 10 kw’ijana vy’agaciro kivyo aranze, hakaba harasizweho ni numero itariha kubabonye mwenivyo bidandazwa. Mubindi vyaranguwe, hariho kuja hamwe na batangakori mu nganda zokubigisha, ndetse haranakinwa n’inkino zihuza abatangakori na batozakori kugira hatangwe amakori ata kangono ngono. Naho biruko intambamyi muri ako kazi ka OBR ntizibuze : amazu yogukoreramwo ntakwiye kugira yorohereze abakozi bico kigo, ibikoresho vyubuhinga bwa none bitarakwira hose hamwe rero n’amategeko agenga OBR ashaje kubera yashizweho kuva ico kigo kigishingwa. Hambavu y’ihimbazwa ry’iyo myaka 10, ikigo gitoza amatagisi n’amakori OBR kizohimbaza uwu mwaka nyene umunsi wahariwe umutangakori. Iyo minsi mikuru ibiri ikazohimbarizwa icarimwe mu ntara ya Gitega kw’itarike 05 kigarama uwu mwaka. Muri iyo ntumbero, OBR ikazotunganya ibikorwa bitari bike kuva itarike 30 munyonyo kugeza kuya 05 kigarama uwu mwaka, aha nk’ihayanisha gurisha rizobera mu ntara ya Gitega n’inganda zokwigisha no guhimiriza abatangakori. Iyo minsi mikuru ikazohimbazwa ku civugo kigira giti : « Mugutsimbataza intahe yo kwikukira, dushigikire ikigo OBR kimaze imyaka 10 gikora, mu kurushiriza gutanga neza amakori n’amatagisi »
Inyuma y’imyaka cumi gishinzwe,  ikigo API kiracafise ingorane zitarinke
Ikigo gishinzwe kworohereza abanyamitahe API kiriko kirahimbaza imyaka 10 irangiye  gishinzwe. Muriyo ntumbero kuri uyu wa kabiri itarike 22 gitugutu catanguje indwi yahariwe guhimbaza iyo myaka kimaze.
Umuyobozi mukuru ajejwe ibijanye n’ubutunzi mu bushikiranganji bw’ikigega ca leta Bonaventure Ninteretse niwe yatanguje iyo ndwi, mw’ijambo ryiwe yakeje cane ikigo API kuri iyo myaka kimaze gishinzwe acifuriza kubandanya gitera imbere. Umuyobozi mfatakibanza w’ikigo API, Serges Nsabimana, nawe nyene arashima ko muri iyo myaka bamaze bakorera igihugu.Akamenyesha ko  ikigo kimaze kurangura ibitari bike aha akavuga ko imbere yuko API ibaho kugira umuntu ashinge ishirahamwe ryiwe vyatwara n’imiburiburi amezi 6, agatakaza umwanya, uburyo bwo kwiyunguruza abava hagati mu gihugu bobo harajamwo n’ivyo gusaba indaro kandi hasabwa n’amafaranga ya gera ku bihumbi amajana 5 ya marundi kandi haba ukujuragirika mu kwegeranya impapuro zikenewe. Nk’uko bivugwa n’umuyobozi mfata kibanza wa API ubu gushinga ishirahamwe bisaba amafaranga atarenga ibihumbi 40 kandi ishirahamwe rigashingwa mu masaha atarenga 24 kuko uwu kwakiriye ari wenyene akurikirana dossiye yawe. Kuva mu mwaka w’2013 amashirahamwe agera 13 635 aramaze gushingwa, ama koperative agera 8 540 nayo nyene yarashinzwe mu mwaka w’2018, ayagera 375 akaba amaze kuronswa uburusho butangwa n’itegeko rigenga API. Naho biruko ikigo co kworohereza abanyamitahe kirafise n’intambamyi mw’irangurwa ry’akazi kaco.  Serges Nsabimana amenyesha ko muri izo ntambamyi harimwo izijanye n’uburyo bw’amafaranga agenewe ico kigo adakwiye, kuba ico kigo kigikose aho gikorera kitaronswa inyubako zaco bwite, kuba kigikorera i Bujumbura gusa  kandi kikaba ata shami na rimwe gifise uwugikeneye akarinda gushika aho gikorera no kuba amategeko agenga ico kigo API ahindagurika vuba vuba. Agasaba ko ababijejwe bokura  mu nzira izo ntambamyi kugira akazi gakorwe neza. Mu ndwi yahariwe imyaka 10 irangiye ikigo API  gishinzwe hakazugururwa imiryango kugira uwo wese yifuza kuja kuraba ingene ico kigo gikora ahabwe ikaze, iyo ndwi ikazorangira itarike 25 gitugutu uwu mwaka.
Leta isabwa gutanga amahera y’agaciro mu mazu avunja amahera
Mu nama yahuje abahurikiye mw’ishirahamwe ry’abavunjayi (ABC) kuri uyu wa gatatu itarike 09 nyakanga, abitavye inama bagaragaje amakenga yabo ku bijanye n’itegeko rishasha rigenga amazu avunja amahera riheruka gusohorwa n’ibanki nkuru y’igihugu BRB.
Mugihe BRB yemereye abo badandaza inyungu ku mahera  bavunjije ariko batarengeje ibice 15 kw’ijana vyayo bavunjije, Alexandre Nsabimana arongoye iryo shirahamwa arashima urwo rugero rw’inyungu ariko akavuga ko abaza barondera amahera yagaciro bidoga cane kubera batayaronswa bivuye ku bukene bwaho. « Hari naho badutuka ko turi abasuma kubera bagiye babona amahera yagaciro akoroka gihutihuti, ayazanye rero ukamubwira ayo umuvunjirako kandi yaramenyereye ko aca aronka menshi aca ashima kwisubirira inyuma atavunjije. Dusaba leta kuraba igatanga nk’3000 canke 5000 vy’ama dollar ku nzu imwimwe ivunja, ivyo vyogabanya imyidogo kuko tubona abanywanyi bacu bataranatahura itegeko rishasha, ibica bituma natwe tutaronka ayo duha abaje bayarondera ». Ikindi nuko kare BRB yabaha amahera agera ku 3000 vy’ama dollar ku ndwi ku ndwi  kuri buri nzu ivunja, mu nyuma ibintu  vyarahindutse basigara bayakura mu ma banke y’ubudandanji nk’uko bivugwa na Alexandre ariko ubu babariwe ko ari ukwimenya, ibica bituma bayaronka avuye mu bakozi ba leta baba bavuye mu ngendo z’akazi hanze y’igihugu canke akazanwa n’abanyamahanga baba baje aha mu gihugu bavuye cane cane mu bihugu duhana imbibe. Umukuru w’ishirahamwe ABC, aremeza ko kuva BRB yemeje iryo tegeko rishasha ko amahera bavunja yagabanutse cane nko kugera ku rugero rwa 90 kw’ijana. Ikindi iyo ndongozi y’abavunjayi ivuga nuko badashimishwa n’ingwati y’imiliyoni cumi basabwa na BRB. Akavuga ko bagiye kuzokwegera BRB kugira barabire hamwe n’utundi tunengetwoba turi muri iryo tegeko rishasha Alexandre Nsabimana yagarutse kandi kwifungwa ry’abamwe mu bavunjayi bafunzwe bazira kudakurikiza iryo tegeko rishasha rya BRB, agasaba leta na BRB guca inkoni ngufi bakabarekura.
BRARUDI irahumuriza abihereza ibinyobwa vyayo
Mwitangazo ry’amajambo make, ishirahamwe rihingura ibinyobwa BRARUDI ryagize riti : « inyuma y’ubutumwa bw’ubushikiranganji bw’ubudandaji amahinguriro n’ingenzi bwaciye mu kiganiro n’abamenyeshamakuru buvuga ibijanye n’akanovera k’ibinyobwa vyacu. Ubuyobozi burajwe ishinga  n’ugushimisha abanywanyi bacu kuko ari navyo mwitwarariko wacu ». Iryo shirahamwe rikaba ryemeza ko ibinyobwa rihingura kandi ridandaza vyisunga amategeko agenga akanovera yaba ayahano mu Burundi canke mpuzamakungu. Iryo tangazo riranibutsa ko abahinga ba Heineken n’aba Coca cola badahengeshanya kwama basuzuma kugihe kugihe ivyuma bikoreshwa muguhingura ivyo binyobwa.
Indege ya Uganda airlines yatanguje ku mugaragaro ibikorwa vyayo hano i Bujumbura
Indege ya Uganda Airlines yashitse ku kibuga c’ingede mpuzamakungu c’itiriwe Melchior Ndadaye isaha 10 n’iminota 30 z’umuhingamo kuri uyu wa mbere 30 nyakanga uyu mwaka. Mu rugendo rwayo rwa mbere rwo gutanguza ku mugaragaro ibikorwa vyayo hano i Bujumbura ikaba yaje izanye umushikiranganji w’ugutwara ibintu n’abantu wa Ouganda Gen. Katumba Wamala Emmanuel, abarongoye ishirahamwe rya Uganda airlines, abarongoye ishirahamwe rya Afrika Mashariki fest, abategetsi batandukanye hamwe rero n’abamenyeshamakuru ba  baganda. Mw’ijambo ryo kwakira abashitsi rya shikirijwe na Pacifique Musongera, umuyobozi mfatakibanza w’ikibuga c’indege ca Bujumbura yamenyeshe ko ukuza gukorera mu Burundi kw’indege yishirahamwe rya Uganda ari ikimenyetso kitabesha cerekana imigenderanire myiza ya Uganda n’uburundi. Musongera akongera ko iyo ndege izofasha kugenda kugera i Entebbe ataguca ahandi canke guhagarara mu nzira bibayeho. Mw’Ijambo ryiwe, umushikiranganji wa Uganda ajejwe ivyo gutwara abantu n’ibintu Gén. Katumba Wamala Emmanuel yashimiye umukuru w’igihugu wa Uganda Yoweri Kaguta Museveni  kuba yaragize ukubona kure akiyumvira ko iryo shirahamwe ry’indege rya Uganda (Uganda Airlines) ryoza gukorera mu Burundi, agashimira kandi n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza w’uburundi kuba yaremeye iranguka ryizo ndoto. Wamala yongeyeko ko ari umunsi wa mateka. Kuruhande rw’uburundi, umushikiranganji Ntunzwenimana J. Bosco araba ibijanye n’ugutwara abantu n’ibintu yashimye cane uko kuza kw’indege ya Uganda mu Burundi. Yagize : « Ibiciro vyo kwiyunguruza muri iyindege biri hasi, twaramenyesheje n’ayandi mashirahamwe ko yogabanya ibiciro ataruko tuzokomeza kwugururira amarembo nayandi mashirahamwe aze gukorera hano mu Burundi ». Ikindi uwo mutegetsi avuga nuko bizera ko ingezi ziva mu buganda zigana uburundi zigiye kwiyongera. Mubatumire biteka harimwo Kisembo Ronex Tendo arongoye ishirahamwe ry’urwaruka Afrika Mashariki fest, uwo yashimye cane uko kworosha imigenderanire hagati ya Uganda n’uburundi akabona ko mugihe urwaruka rwugarijwe no kutagira akazi,ako  gashobora kuba akaryo keza  ko gukorera aho rubona amahirwe muri ivyo bihugu vy’uburundi na Uganda, akaba kandi yahamagariye urwaruka rwa Uganda kuza kwirabira ubwiza bw’uburundi. Indege ya Uganda Airlines niyo mu bwoko bwa Bombardier, ikazogira indengo hagati ya Bujumbura na Entebbe ku minsi ya Mbere , iya gatatu na gatanu. Kuja mu buganda wongera ugaruka akaba ari ku mafaranga y’abanyamerika 255.
Video : Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean Claude Karerwa avuga iki ku ngoro nshasha NTARE RUSHATSI yinjiwe
Mu kiganiro kidasanzwe umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean Claude Karerwa Ndenzako yahaye i mboneshakure yo kubuhinga bwa none  NAWE TV mushoboora no gusanga kuri Youtube, yamenyesheje ko abatumire bagera mu majana 9 aribo bari bitavye ibirori vyo kwugurura ingoro yitiriwe Ntare Rushatsi  kuri uyu wa gatanu 27 nyakanga 2019. Umuvugizi w’umukuru w’igihugu akaba yirinze kugira ico ashikirije kubijanye n’amafaranga iyo ngoro yatwaye ariko akavuga ko uko biri kose  igihugu kizunguka kuko yaba ibiro vy’umukuru w’igihugu canke ibiro vy’ivyegera vyiwe uko ari bibiri vyose vyari bipanze ariko ubu bigiye gukorera mu nzu ya leta, ayo mahera rero akazokoreshwa mu bindi bisata nk’uko vyavuzwe na Karerwa. Kukibazo co ku menya ko umukuru w’igihugu atazosubira kwitoza kugira abandanye akorera muri iyo ngoro iteye igomwe, Jean Claude Karerwa Ndenzako agira ati : « Umukuru w’igihugu si ntarenga irembo irengewe, nyabuna bizotuma abisa uw’uzomusubirira anezerejwe n’ivyo yashikanyeko igihugu ». No mu kiganiro c’abavugizi b’inzego z’igihugu giheruka kubera ku munsi wa gatatu itarike 25 nyakanga uwu mwaka mu ntara ya Rumonge, Umuvugizi w’umukuru w’igihugu yaragarutse kurico kibazo cogusubira kw’itoza kw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, aho yemenyesheje ko atakintu na kimwe co tuma umukuru w’igihugu yivuguruza ku ngingo yafashe yo kutazokwitoza mu matora yo mu mwaka wa 2020.
Abadandaza b’inyama muri komine Ngozi n’ubutegetsi ntibumvikana ku biciro 
Muri komine Ngozi  cane cane mw’isoko yo ku murwa mukuru abadandaza b’inyama baradugije ibiciro. I kilo c’inyama bagikuye ku mafaranga ibihumbi indwi vy’amafaranga y’uburundi bagishira ku bihumbi 8. Ivyo bikaba bitihanganiwe na Musitanteri Songambele Radjabu w’iyo komine ya Ngozi isanzwe ariyo irimwo umurwa mukuru w’intara. Songambele akavuga ko bitumvikana mugihe n’isoko y’ibitungwa nini mu karere kose iri aho muri komine Ngozi. Iyindi nsiguro itangwa na Musitanteri n’uko mu ntara za Gitega ikilo c’inyama kiri ku bihumbi indwi. Songambele Radjabu akavuga ko bidakunda ko abadandaza aribo bishingira ibiciro. Uwo mutegetsi akongera akavuga ko bagiranye inama nabo bayangayanga kugira ababwire ko atazihanganira iyo nyifato kuko ngo banaheruka kuza bava ku mafaranga 6 500 bashira kuri 7000. Hano mugisara ca Bujumbura ho ikilo c’inyama z’umusoso kikaba kigeze ku bihumbi 9 nayo  izicanze n’amagufa bita cangacanga kikaba kigurwa 8500 vy’amafaranga y’uburundi.
N’ibiki vyahindutse mw’itegeko rigenga ikoreshwa ry’amafaranga mvamakungu mu Burundi ?
Umuyobozi w’ibanki nkuru ya Repuburika y’Uburundi Jean CIZA amenyeshako amashirahamwe agura akongera akagurisha amafaranga mvamakungu ategerezwa gutanga ku wuguze canke uwugurishije amafaranga mvamakungu urupapuro ruciye mu mashini rwerekana neza ibijanye n’ubwo buguzi arirwo (copie) mu gifaransa kuko arico cemezo ry’iryo vunjwa. Mu kiganiro  umuyobozi w’ibanki nkuru ya Repuburika y’Uburundi yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kabiri igenekerezo rya 17 Nyakanga 2019 ariko ashikiriza ivyasubiwemwo mw’itegeko rigenga ikoreshwa ry’amafaranga mvamakungu mu Burundi,Jean CIZA yavuze ko urupapuro ruciye mu mashini rwerekana neza ibijanye n’ivunjwa ry’amafaranga y’agaciro ku mashirahamwe agura akongera akagurisha amafaranga mvamakungu ruzoshobora gusabwa umwanya uwo ariwo wose n’abajejwe igenzura. Jean CIZA avuga ko kubijanye n’imitahe yinjira n’iyisohoka mu Burundi hamwe n’ikoreshwa ry’amakonte y’amafaranga mvamakungu kw’amabanki akorera mu Burundi abwirizwa gusaba uburenganzira mw’ibanki nkuru y’igihugu imbere yo gutanga canke gusaba ingurane hanze y’igihugu kandi ko amashirahamwe akorera mu Burundi aronka imfashanyo mu mafaranga mvamakungu ategerezwa kwuguruza amakonte y’amafaranga mvamakungu mw’ibanki nkuru y’igihugu. Kubijanye n’irihwa ry’ibidandazwa n’ibindi vyankenerwa mvamakungu ,iryo tegeko rishasha rivuga ko urugero rwo kuriha ibidandazwa n’ibindi vyankenerwa hakoreshejwe amafaranga mvamakungu yitwajwe mu minwe rwavuye ku bihumbi 40 vy’amadorare y’abanyamerika ruja ku bihumbi 5 vy’amadorare y’abanyamerika ariko umuntu arekuriwe kwitwaza amafaranga ibihumbi 10 vy’amadorare mw’ikarata ikoreshwa mu kuriha itangwa n’amabanki,mu gihe urugero rw’amafaranga umuntu arekuriwe kuvunja mu mabanki atarinze gusigura ico ayakoresha rwavuye ku bihumbi 3 vy’amadorare ruja ku ma 500 y’amadorare ku musi kandi atazorenga ibihumbi 3 ku kwezi. Uwo mukuru w’ibanki nkuru y’igihugu asigura ko zimwe mu mvo zatumye iryo tegeko risubirwamo ari iyinjira ry’Uburundi mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko hamwe no gutosora utunenge twagiye twibonekeza mw’itegeko ryahahora bivanye n’ibihe igihugu cagiye gicamwo. Jean CIZA aheraheza agabisha ko ata umuntu , inzu y’ubudandaji canke ishirahamwe rirekuwe kuvunja amafaranga mvamakungu kiretse ayabifitiye uburenganzira yahawe n’ibanki nkuru y’igihugu mu gihe uwuzofatwa ariko arakora urwo rudandazwa atabirekuriwe n’amategeko azokwakwa amafaranga yose afise yongere akurikiranwe n’ubutungane.
Inama yo gutorera umuti ikibazo c’isima n’umunyu yakoranijwe
Umushikiranganji w’ubudandaji hamwe n’amahinguriro Jean Marie NIYOKINDI yakoranije kuruno wa kabiri igenekerezo rya 10 Nyakanga umwaka wa 2019 abadandaza b’isima rya BUCECO mu gisagara ca Bujumbura no hagati mu gihugu hamwe n’abandadaza b’umunyu mu ntumbero yo gutorera umuti ibibazo bihanze ivyo bidandazwa uko ari bibiri. Muriyo nama umushikiranganji Jean Marie NIYOKINDI yavuze ko mu masoko atandukanye yo mu gihugu kw’igiciro c’isima caduzwe uko batari bavyiteze kuko umufuko w’isima ya BUCECO wari kudandazwa amafaranga y’amarundi ibihumbi miringo ibiri na bine n’amajana atanu (24500) usigaye udandazwa hagati y’ibihumbi 28 na 29. Kubijanye n’umunyu udandazwa udakwije ibisabwa, uwo mushikiranganji avuga ko ari ikibazo ku magara y’abantu kubona abadandaza bamwe bamwe bacuruza umunyu udafise ico bita “Iode” mu rurimi rw’igifaransa abantu bagapfa kuwugura kandi uba udakwije ibikenewe kugira ukoreshwe.
Ico reta y’Uburundi ivuga kw’ihagarikwa ry’imigambi y’ibanki nkuru y’Isi
Inyuma y’ikete ry’uwuserukira i banki y’isi yose hano mu Burundi rivuga ihagarikwa ry’imigambi 6 yatangwamwo amafaranga n’iyo banki rikwiragirijwe ku mbuga ngurukana bumenyi, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ikigega ca leta, Désiré Musharitse, yamenyesheje kuri uyu wa kabiri itarike 10 nyakanga 2019, ko iryo kete ari iryukuri. Désiré Musharitse yagize ati : « Ingingo yafashwe n’ibanki y’isi yose ntiyafashwe giturumbuka yari yaganiriweko na leta, ndetse s’Uburundi gusa bwaganiriye niyo banki ahubwo n’ama leta yose akorana niyo banki nkuru y’isi yose ». Muvyaganiriweko nkuko bivugwa na Musharitse nuko iyo migambi ya karere yohabwa iyindi ntumbero, iyo nayo n’ukurondera imigambi mishasha ishira mu ngiro umugambi w’isoko rusangi rya Afrika. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ikigega ca Leta akamenyesha ko leta y’uburundi  ifitaniye imigenderanire myiza n’ibanki y’isi yose n’ikimenyamenya ngo hari imigambi iriko irarangurwa hano mu gihugu ifise agaciro k’amadorari imiliyoni 700  y’amerika (700 0000 0000$) atangwa n’iyo banki, ngo hakaba hari n’ umugambi uzorangurwa kuva 2020 gushika 2022 uzotwara ayangana na miliyoni 300 z’ama dollars ya Amerika (300 000 000$) akazotangwa n’ibanki y’isi yose. Désiré Musharitse akavuga ko atawosimba umutima ngo n’intumbero nshasha  yahindutse ngo imigambi izobandanya ariko mu ntumero nshasha yemejwe n’abakuru b’ibihugu. Kubijanye n’amahera yaramaze gutangwa kuri iyo migambi yahagaritswe, umuvugizi w’ubwo bushikiranganji avuga ko bazoca baraba ko ayarasigaye yokoreshwa mu ntumbero yo gutegura iyo migambi mishasha ikozwe mu ntumbero nshasha. Mu gihe mu migambi yahagaritswe harimwo umugambi wo kwubaka urugomero rwa Ruzizi ya gatatu, urugomero ruhuriweko n’ibihugu bitatu  arivyo Uburundi, Urwanda na Repubilika iharanira demokarasi ya Kongo, Désiré Musharitse avuga ko hambavu y’ibanki y’isi yose hari abandi bakorana kandi ko ibihugu bisangiye uwo mugambi bizoheza bikihweza ahova igice c’amahera yari yemewe n’ibanki y’isi yose. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ikigega ca leta akaba kandi yamenyeshe ko n’ibindi bihugu vyaronse amakete nkayo y’ibanki y’isi yose, ngo kubona iryakwiragiye ku buhinga bwa none rivuga uburundi gusa ngo n’uko ryanditswe n’uwuserukira iyo banki hano mu Burundi, ngo n’ukuvuga ko ryaraba uburundi gusa.
Abanyepolitike bagiye kuzitoza basabwa na OLUCOME kwerekana uko bazokura igihugu mu ngorane z’ubutunzi
Ishirahamwe ryishinze kurwanya abanyuruza n’abasesagura amatungo ya leta ’’OLUCOME’’ rirarajwe ishinga n’ingingo iheruka gufatwa n’ibanki nkuru y’igihugu BRB yokwaka uburenganzira bwo gukora amazu yose avunja amafaranga izotangura gukurikiza kuva itariki 15 Ruhuhuma uwu mwaka. OLUCOME ikabona ko ibura ry’amafaranga y’agaciro ritava kuri ayo mazu ariko riva nyabuna kungorane zadutse kuva 2015 zatumye abafasha Uburundi bahagarika imfashanyo, ayandi yava muri bamukera rugendo nabonye batakiza kubwinshi kubera icuka ca politike Cabaye nabi kuva mu mwaka 2015 co kimwe n’abagwizatunga mva makungu binuvye igihugu. Iryo shirahamwe rigasaba leta kuganira n’abahora bafasha igihugu, no gutegura amatora atarangwa n’amahinyu. Umugwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI ko kwemerera indorerezi mvamakungu zoza kwirabira uko amatora azoba ariko aragenda. OLUCOME ikarangiza itangazo ryayo isaba abanyepolike bagiye kuzokwitoza kwerekana uko bazokura igihugu mungorane z’ubutunzi "kirimwo".
OLUCOME isaba gukurikirana neza amahera yakaswe abigisha na COSESONA
Ishirahamwe ryishinze kurwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya leta OLUCOME ribona ko amafaranga agera hafi k’umuliyalidi w’amafaranga y’amarundi yegeranijwe n’urunani rwa masendika y’abigisha COSESONA akuwe ku mishahara y’abigisha, ashobora ku nyuruzwa.
Ni mugihe hamaze gukurwako ayagera ku miliyoni 490 incuro zibiri zose n’ukuvuga ayagera ku miliyoni 980 y’amarundi nkuko Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME abivuga mu rwandiko rw’impapuro zibiri  rugenewe ibinyamakuru . Akavuga ko atawuzi icayo mafaranga yakoreshejwe. Gabriel Rufyiri arashimira umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH wihuse ugafata mu minwe ikibazo c’urwo runani rw’ama sendika y’abarimu n’abarongoye amasendika y’abigisha baterekwa kuja muri COSESONA, bari bafashwe bakarekurwa. Uwo aramutswa OLUCOME agasaba leta y’uburundi guhagarika ubwo busuma narirya ngo nayamaze gukurwa kuri konte ya COSESONA iri mw’ibanki nkuru y’igihugu atarasigurwa ngo bereke icegeranyo cayo benekuyakatwa. OLUCOME irasaba kandi igenzurwa ryokwerekana uko amahera yatojwe, uko abitswe n’ico ayamaze gusohoka yakoreshejwe. Iryo shirahamwe rikarangiza risaba ko abagize uruhara muri ico kibazo bose ko bohanwa.
Ishirahamwe OTB ryaruguruye ubunywero n’uburiro buzofasha ingenzi muri komine Mukike
Komine Mukike iri mu ntara ya Bujumbura, ibirabara rija ku murwa mukuru w’iyo komine riva kw’ibarabara ry’igihugu rigira indwi (RN7), ugeze ku biliometero 30 uvuye mugisagara c’ubutunzi, Bujumbura, ukase nk’uwuja ku murwa mukuru wa komine Mukike nko ku metero 20 aho niho ishirahamwe rihingura icayi OTB ryasanuye ikibanza cakira ingenzi bise NONOKA.  Ico kibanza kigizwe n’ubunywero hamwe n’ivyumba 13 bishobora kwakira abantu basanzwe mugihe hari ibindi bibiri vyakira abategetsi bakomeye, piscine, ivyumba vyokuyagiramwo(salons) vyiza  hamwe n’ivyumba vy’ama nama. Nonoka bar ikikujwe n’ibiti birebire vy’imikaratusi hamwe n’imirima y’icayi, caruguruwe ku mugaragaro. Kuri uyu wa gatandatu itarike 21 kigarama uwu mwaka, OTB ikaba yarerekanye ko ikibanza Nonoka bar kiriko kirakora ku mugaragaro, uwujejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe OTB , Mutoni Nina Raissa, yahamagariye abaraho n’abandi barundi kubandanya bagendera ico kibanza. Abanyamukike bakaba bashima cane uwo mugambi w’iterambere waranguwe n’ishirahamwe rihingura icayi OTB, mu gushariza ico kibanza ciza co kuruhukiramwo kiri ngaho muri komine yabo, bakavuga ko bizotuma komine yabo imenyekana cane. Bagahamagarira n’ayandi mashirahamwe cokimwe n’abagwizatunga gufatira akarorero kuri OTB mugukora ibikorwa vy’iterambere kandi bitanga akazi.
OLUCOME irahagaritswe umutima n’ideni  ryo hagati mu gihugu riguma riduga
Mw’itangazo ry’ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatungo ya leta OLUCOME, rirarajwe ishinga n’ideni rya leta ribandanya riduga uko bukeye uko bwije. Olucome ikavuga ko kubera ivyasabwe n’ibanki y’isi yose leta yacishima gusaba ideni imbere mu gihugu haba mu bikorera utwabo canke mu ma banki. Ibituma kugeza ubu leta ifise ideni ringana n’imiliyalidi amajana 7 mu mafaranga y’uburundi,  ivyo OLUCOME ikavuga ko biva muvyegeranyo vya komite ijejwe kwegeranya imfashanyo (CNCA) vyo mu mwaka w’2016 n’ibanki nkuru y’igihugu BRB.
Nkuko OLUCOME ibandanya ibivuga, ibanki nkuru y’igihugu iheruka gusohora icegeranyo cerekana ko ideni rya leta kuva uwu mwaka w’2019 utanguye rigera kuri miliyalidi 2753, 3, mugihe iryo deni ryari imiliyalidi 2426,1 mu mwaka w’2018, bisigura ko ryongerekanye incuro 13 n’ibice 5 kw’ijana . Gabriel Rufyiri yateye umukono kuri iryo tangazo ari nawe arongoye OLUCOME, avuga ko igwirirana ry’iryo deni ryavuye kuvyabaye mu mwaka wa 2015 vyatumye imigenderanire itituka hagati ya leta n’abayifasha mu bijanye n’uburyo. Kubera ivyo OLUCOME ihanura ko hokorwa ibishoboka vyose kugira habe ituze muri politike y’uburundi. Gushiraho ubuhinga bwo gukwegakwega abagwizatunga mva mahanga, gushiraho politike itomoye ijanye n’amafaranga kuneza y’igihugu, gutahukana amahera yajanywe hanze y’igihugu na barya ibiturire kugira akoreshwe mw’iterambere ry ‘igihugu, gutubika uwavubi amahera agaheza agashirwa cane cane mu bisata biteza imbere ubutunzi. OLUCOME ikarangiza isaba abagiye kuzitoza mu matora y’imirije ya 2020 kwerekana ingene bazotorera umuti ikibazo c’ubutunzi.
Ibanki nkuru y’igihugu  niyo yonyene yemerewe kugura inzahabu z’amashirahamwe azicukura
Mw’itangazo ryaraye risohowe kuri uyu wa mbere itarike 25 Munyonyo 2019 n’ubushikiranganji bw’amasoko ntanga nguvu, ubutare n’agataka , abadandaza bose b’inzahabu bazifise mu bubiko basabwa kuzigurisha vuba bwango kuri banki nkuru y’igihugu.  Ikindi nuko banki nkuru y’igihugu BRB ariyo yonyene ifise ububasha bwokugura inzahabu zicukurwa n’amakoperative. Igura n’igurishwa ry’inzahabu kuvyo bita amakontware vyahagaritswe. Iyo ngingo yerekeye inzahabu gusa, ariko amashirahamwe agura ubundi butare asabwa nahonyene gukoresha amafaranga y’amarundi gusa mukugura ubwo butare nkuko bitegekanywa n’amategeko. Ubushikiranganji bukagabisha ko uwuzobirengako azohanwa hisunzwe amategeko mpana vyaha yahano mu Burundi. Mu kurangiza iryo tangazo,  Umushikiranganji Come Manirakiza yariteyeko umukono ahamagarira inzego zishinzwe abasohoka n’abinjira mu gihugu, ikigo gitoza amakori n’amatagisi(OBR), Ikigo kijejwe ubutare n’amakariyeri, ubushikiranganji bw’ubutungane, ubw’intaro yohagati mu gihugu, ibanki nkuru y’igihugu(BRB) n’inzego zishinzwe kugenzura ikibuga c’indege ca Bujumbura kwubahiriza izo ngingo kuva umunsi zaterewe umukono.
Ubushikiranganji bw’intwaro yohagati mu gihugu bwahagurukiye Iduzwa ry’ibiciro ridakurikije mategeko
Mw’ikete umushikiranganji w’Intwaro yo hagati Pascal Barandagiye yandikiye igenekerezo rya 19 Munyonyo uwu mwaka, ba bulamatari b’intara zose n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, abamenyesha ko hibonekeza ukuduza hadakurikijwe amategeko igiciro c’umwavu w’ikizungu uhingurwa n’ishirahamwe FOMI mu gihugu cose. Barandagiye akamenyesha ko igiciro ciyo mfumbire ca gwijwe hafi incuro zibiri kugisanzwe kizwi na leta, kikaba cavuye ku ibihumbi 29 kugera ku mafaranga ibihumbi 40 vy’amafaranga y’amarundi. Umushikiranganji w’intwaro yohagati akavuga ati : « Ndi n’iteka ryo kubasaba gukoresha ububasha bwanyu kugira mwubahirize igiciro cashinzwe n’ugutanga ibihano kuri abo bose badakurikiza amategeko ». Uwo mutegetsi akabamenyesha ko bokorana n’abajejwe umutekano mukugira amasakwa kuri abo bose bakekwa kutubahiriza ibiciro vyashinzwe no guca bagurisha muri camunara ivyafashwe. Umushikiranganji Pascal Barandagiye akanabamenyesha ko arico kimwe no kw’isima ihingurwa n’ishirahamwe BUCECO, akabasaba kurondera kumenya abadandaza bayo no kubategeka kugurisha n’ingoga iyo bafise mu bubiko no guhanisha amande abidugiriza ibiciro.
Nibaba bafise ubwoba bwacu nibahebe politike, twebwe ntiturota tuva mu matora
Mu kiganiro n’abamenyashamakuru kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya  15 Munyonyo, umukuru w’umugambwe CNL Agathon Rwasa yiyamirije cane abagenda baramutyoza bongera batyoza umugambwe arongoye mu kuwuremeka inteba ishushe. Aha akadoma urutoke kuri Jacques Bigirimana arongoye umugambwe FNL na Jean de Dieu Mutabazi arongoye umugambwe RADEBU avuga ko muri iyi minsi bakoze ibiganiro mu binyamakuru bitandukanye muvyo bavuga bakagaruka cane kuri CNL n’indongozi zawo. Umushingamateka Agathon Rwasa akagira ati : « Nimba ari abanyepolitike nibategure imigambi baze tuje guhiganwa canke politike yabananiye nibatubise bave kurubuga twikorere ». Agatangazwa ngo nuko badatera imbere muvyo biyumvira nivyo bavuga, kuko baguma basubira muvyakahise. Agashimika avuga ko gutukana, gutyoza abandi  n’ubuswaganyi ko atari politike. Kukibazo cuko boba ba biterwa n’ubwoba bwa CNL Agathon Rwasa avuga ko atawe batera ubwoba kuko ata terabwoba bakoresha ariko ko nimba bayitinya kubera ifise abanywanyi benshi atakundi bokwihangana. Kubijanye nuko umukuru w’ishirahamwe PACOBU yoba yamenysheje ko agiye kwitwarira CNL kubera woba wagirije iryo shirahamwe ko ariryo ryakoze imipira iriko i foto ya Rwasa n’izina rya CNL kugira izohabwe abantu bazoba bateguwe, kugira bahabwe inkoho hanyuma vyegekwe kuri CNL Rwasa asaba uwo umukuru wa PACOBU kubanza kugira amatohoza mubakozi biwe kugira arabe ko atavyo bariko barakora atabatumye. Kubijanye n’ivyo umugambwe wiwe wigeze kumenyesha ko hari abashaka kugandagura indongozi za CNL, Agathon Rwasa avuga ko atazi aho uwo mugambi ugeze agasaba abamenyeshamakuru ko bobandanya babitohoza. Murico kiganiro, yagarutse kandi Ku bantu CNL yahawe kugira baje  mu mirwi ijejwe amatora ku rwego rwa komine CECI, no kurwego rw’intara CEPI, yavuze ko bahawe abantu 17 mu mirwi ijejwe gutegura amatora mu  ntara na 65 ku rwego rw’amakomine. Akabona ko abantu bahawe ari bake ariko akagwa akagaruka akavuga ko niyo bataronka numwe bari gutegerezwa kuja mu matora, akemeza ko atayindi nzira yindi ishoboka atari kuja mu matora, akemeza kandi ko atarota ahunga nko muri 2010. Rwasa yavuze kandi kwitotezwa rikorerwa abanywanyi biwe : « Ni gute abantu barenga 60 muri komine  kanyosha bagiye hamwe ngo bakoreshe inkoho imwe yashatse kwica umukuru wa zone ko bose babafashe babahora ico caha kandi n’ubu abandi bakironderwa. Ni karusi nico kimwe bararementanirije umunywanyi wacu iwe ngo bahatoye grenade. Muri Marangara i Ngozi ku munsi w’Imana twahamvye umunywanyi wacu yicishijwe amahiri. Kuri uwo munsi nyene twahamvye uwundi muri Gashikanwa kubera yishwe acumitaguwe ». Abajijwe ko atoshobora kuva mu matora kubera abanywanyi biwe bariko barafungwa cane yamenyeheje ko abashaka ihinduka ari benshi batazobafunga ngo babamare. Aho ni mugihe CNL iharura abanywanyi babo bagera muma 200 bafunzwe.
 Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu asaba ibinyamakuru kudaha ijamabo abatyoza abandi
Gaston Sindimwo icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu  yagendeye radiyo Isanganiro mu ntumbero yokuyikeza ku myaka 17 imaze iriko irasamirana. Sindimwo arashima ibirangurwa na radiyo Isanganiro, yasavye ko ibinyamakuru vyoha ijambo abantu bose yaba abategetsi n’abatari abategetsi kugira bashikirize akari ku mutima.
Ariko mu gihe himirije amatora, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu arakebura ibinyamakuru ko vyoza birasuzuma cane ibishikirizwa n’abo baha ijambo bakaraba ko bashikiriza ibidatyoza abandi ariko bagashikiriza ibiraba imigambwe yabo cokimwe n’ivyo bazorangura hamwe boshikira ubutegetsi , bitaranguwe n’abari ku butegetsi. Gaston Sindimwo yaboneyeho kumeneyesha ko umwana akwije imyaka 17 abariko arakura, aca yifuriza radiyo isanganiro kubandanya itera imbere. Umuyobozi wa radiyo isanganiro Sylvère Ntakarutimana yakiriye icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu na bamuhurerekeje  yamenyesheje ko Isanganiro yashinzwe mu mwaka 2002 mugihe ibintu bitari bimeze neza, abari ku butegetsi ico gihe bakaba batatahura ko hari uwari guha ijambo abo barwana, akaba yaciye yibutsa icivugo ca radiyo Isanganiro ko ari : « Inama isumba ingimba ». Ntakarutimana yagarutse kandi ku bihe bibi i radiyo arongoye yaciyemwo igihe yugarwa mu mwaka wa 2015 ariko ikaja gusubira kugururwa mu nyuma. Muri urwo rugendo icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo yari yaherekejwe n’umushikiranganji wo kumenyeshamakuru Fréderic Nahimana hamwe na Nestor Bankumukunzi aramutswa ikigo c’igihugu kijejwe kugenzura uko ibimenyeshamakuru bikora, CNC.
Ibanke nkuru y’igihugu iragabisha amashirahamwe acuruza amafaranga adakurikiza amategeko
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu itarike 15 Munyonyo, Umuyobozi w’igisata kijejwe  ku genzura amabanke mw’ibanke nkuru y’igihugu ya Repubilika y’uburundi (BRB) Prosper Ngendanganya yamensheje ko amashirahamwe agura akagurisha amafaranga  ategerezwa kwubahiriza amategeko yashinzwe n’ibanke nkuru y’igihugu itarike 17 Nyakanga 2019 na cane cane mu kubahiriza ibiciro uko bibavyashinzwe ku munsi ku munsi, kandi ivyo biciro nyene bikamanikwa mu rw’injiriro rwa mazu acuruza amafaranga .  Ngendanganya  akavuga ko amashirahamwe na mazu acuruza amafaranga mvamakungu akaba atubahiriza ibiciro vya BRB agiye gufatwa nkayahungabanya umutekano w’igihugu. Akagabisha ashimitse ko ishirahamwe rizofatwa ririko riragurisha ibiciro ry’ishakiye ko rizofatwa nk’umwansi w’igihugu, mu guhanwa hakazokoreshwa igatabu mpanavyaha. Umuyobozi ajejwe ku genzura amabanki muri BRB, agahamagarira banyene amashirahamwe agura akagurisha amafaranaga mva makungu kwama basoma ingingo ziri mu gitabu mpanavyaha, kugira bame bazi ibihano bitegekanirijwe umuntu wese yarenze amategeko y’igihugu. Ikibabaza BRB nuko ayo mashirahamwe nyene adashaka gufasha mu kwerekana abadandaza amafaranga yagaciro batabifiye uburenganzira ari nabo ahanini batubahiriza ibiciro biba vyashinzwe na BRB. Ikindi n’uko n’amashirahamwe amwe amwe azwi na BRB adashaka gukoresha ubuhinga bwashizweho (Logiciel) bahawe na BRB. Ibanki nkuru y’igihugu igahamagara abarundi bagura canke bakagurisha amafaranga ko boza barasaba impapuro ziciye mu mashini zerekana ubuguzi. BRB ikibutsa kandi ko kizira kikaziririzwa haba ku murundi canke umunyamahanga kugura canke kugurisha ibidandazwa hakoreshejwe amafaranga mvamakungu. Ivyo vyose bikaba vyavuye mu nama yahuje kuri uyu wa kane itarike 14 Munyonyo uwu mwaka, abayobozi b’ibanke nkuru y’igihugu, abaserukiye iperereza, abaserukiye amashirahamwe adandaza akanagurisha amafaranga hamwe rero n’abajejwe umutekano.
Umuyobozi w’ishure Ecofo Carama n’umwigisha barafunzwe, inyuma y’urupfu rw’umunyeshure
Chadia Nishimwe, yari umunyesehure kuri Ecofo Carama mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura yapfuye nka satanu z’umurango kuri uyu wa mbere itarike 28 gitugutu. Inyuma yo gukubitwa n’umwigisha wiwe, inkoni imwe kw’izosi iyindi ku gisusu, kubera akabazo atari yakoze bikavugwa ko uwo mwana yaciye afatwa n’ingwara y’intandara yoba yarasanganywe. Nkuko bivugwa  nuwaduhaye amakuru, inyuma yuko ubuyobozi bw’ishure bubonye ko uwo mwana afashwe niyo ngwara baciye bamu nyarukana kwa muganga ariko inakuru wa Chadia ngo yoba yasavye ashimitse ko batomutera imiti yo kwa muganga. Naho biruko umuryango w’uwo mwigeme yarasanzwe yiga mu mwaka wa gatanu w’amashure mato mato, urahakana ko atangwara y’intandara yarafise. Nyabuna uwo muryango ukemeza ko umwana wabo yahitanywe n’inkoni zibiri umwigisha wiwe yamukubise. Umwe mubo mu muryango yahakanye ivyavuzwe ko inakuru yanse ko batera imiti yo kwa muganga, mu kumenyesha ko Chadia ata inakuru afise. Igipolisi catanguje amatohoza, kandi cahagaritse umuyobozi w’ishure n’umwigisha aserukira abandi uwo bita « Maîtresse principale » inyuma yokubura umwigisha azwi kw’izina rya Nitegeka Lodie yagirizwa kuba ariwe yakubise uwo mwana bikamuviramwo gupfa. Abo bafashwe bakaba baketswe ko bafashije umwigisha Lodie Nitegeka guhunga. Amakuru dukura mu kinama avuga ko abari bagiye guhamba uwo mwana, babanje gucisha ikiziga kuri iryo shure ECOFO carama.
Umurwi w’ibanki y’isi ujejwe imigambi mu Burundi uvuga ko hari imigambi 6 itazofashwa mu gihugu
Umukuru w’imigambi y’ibanki y’isi mu Burundi Jean Chrostophe Carret amenyeshako imwe mu migambi yarigufashwa n’iyo banki mu bikorwa vy’iterambere mu karere itashizwe muyizofashwa kugira ishobore kurangurwa. Mu rwandiko uwo mukuru w’imigambi y’ibanki y’isi mu Burundi yandikiye umushikiranganji w’ikigega ca Reta Domitien NDIHOKUBWAYO kw’igenekerezo rya 5 Nyakanga umwaka wa 2019,Jean Christophe Carret avuga ko hisunzwe ubuhinga bushasha ibanki y’isi yisunga ku migambi yo mu karere umugambi ujanye no gufasha kworohereza urudandazwa mu karere k’ibiyaga binini ariwo ugiye gufashwa wonyene niyo banki. Mururwo rwandiko,Jean Christophe Carret avuga ko imigambi nk’uwujanye n’uburimyi muri Afrika y’ubuseruko no hagati ,uwo kunagura ikiyaga Victoria,uwo gutwara ibintu n’abantu mu kiyaga Tanganyika,uwo kunagura ibidukikije mu kiyaga Tanganyika,uwujanye no gutsimbataza ukwinjira mu muryango w’ibihugu vy’ubuseruko  hamwe n’uwo gufasha urugomero rw’umuyagankuba rwa Rusizi ya 3 yose itari muyizofashwa niyo banki. Uwo arongoye ibikorwa vy’imigambi y’ibanki y’isi mu Burundi aheraheza avuga ko abagize umurwi w’ibanki y’isi bagiye kuja hamwe nabo mu bushikiranganji bijejwe mu ntumbero yo gukorana no gufashanya mu kubishira mu ngiro.
Ibanki nkuru BRB yemeza kw’ikoreshwa ry’amafaranga aca ku buhinga bwa none bitemewe mu Burundi
Ibanki nkuru y’igihugu BRB (Banque de la République du Burundi ) imenyesha ko  amafaranga akoreshwa mu buhinga bwa none (Monnaies virtuelles canke crypto-monnaies) mu rurimi rw’Igifaransa atemerewe gukora ku butaka bw’igihugu c’Uburundi kuko ata reta iriho iyemeza kandi ko ata banki nimwe nkuru y’igihugu iyemeza. Mw’itangazo umukuru w’ibanki nkuru y’igihugu BRB yasohoye kubijanye n’ayo mafaranga akoreshwa biciye ku buhinga bwa none,Jean CIZA ayirongoye avuga ko ayo mafaranga ahanahanwa hatisunzwe amategeko bigatuma abayakoresha badashobora kuronka aho bitura mu gihe bahuye n’ibibazo canke iyo guhanahana ayo mafaranga vyugawe. Muriryo tangazo Jean CIZA avuga ko ata banki canke ishirahamwe ryo kuguranana no kuziganya ryemerewe gutanga ayo mafaranga atangwa aciye kubuhinga bwa none canke n’ibindi vyose bijanye navyo abantu bakwiye kwama bibuka gukora ibikorwa bijanye n’amafaranga bisunze uburyo bwemewe n’ibanki nkuru y’igihugu. Amwe murayo mafaranga atangwa acishijwe ku buhinga bwa none ni nka Bitcoin,Ether,Litecoin,Dogecion,Onecoin,BTC,Fahari Cash Coin  hamwe n’ayandi.
Ubushikiranganji bw’ubudandaji burasigura ubukene bw’ibinyobwa vya Brarudi
Umushikiranganji w’ubudandaji, amahinguriro n’ingezi Jean Marie Niyokindi amanyesha ko ukubura kw’abimwe mu binyobwa vya Brarudi biva kuvyo babikoramwo biteba gushika, ivyo yabivugiye mu kiganiro n’abamenyeshamakuru yagize kuri uyu wa gatanu itarike 16 myandagaro 2019. Umushikiraganji Jean Marie Niyokindi akagabisha abo bose bikika mu kiza kubera iryo bura bagaca baduza ibiciro vy’ibinyobwa, akavuga ko iyo abakozi b’ubushikiranganji bamenye abakoze ivyo ko baca banyarukirayo, akamenyesha kandi ko nabaguzi babigiramwo uruhara kuko bashima kwinumira iyo badugirijweko ibiciro.
Yabivuze mugihe muri iyi minsi  hibonekeza cane ubukene bwibinyobwa Amstel  65cl na Coca cola nayo Bock yoyo akaba ataho ikiboneka. Abadandaza bamwe bamwe bagaca bikinga ubwo bukene bwavyo ugasanga mu ma quartier mato mato Amstel ndende igeze ku mafaranga 2000 canke 2200 kandi igiciro kizwi na leta ari amafanga 1800 kw’icupa, bagaca basigura ko bazikura kure abandi nabo bakavuga ko iyo bagiye ku ma depot, bagasaba i casiers 25 baronswa 5  gusa. harinaho ngo bategekwa kurangurana n’ikinyobwa kimeze nk’ifanta bita « Viva ».
Abanywi b’ivyo binyobwa na cane cane Amstel 65cl bakavuga ko atakundi bagira, iyo ibonetse  ngo bemera kuyinywa kugiciro icarico cose abadandaza bayibahayeko.
Ishirahamwe ryo gufashanya JICA ry’abayapani ryasubiye gukorera mu Burundi
Inyuma y’imyaka ine ishirahamwe mpuzamakungu   ryogufashanya ry’ubuyapani JICA rihagaritse gukorera mu Burundi, ryongeye kw’ugurura ibiro vyaryo ku mugaragaro kuri uno wa gatanu itarike 09 myandagaro uyu mwaka. Iryo shirahamwe ryari ryahagaritse ibikorwa vyaryo mu mwaka w’2015, ngo bivuye kugihe igihugu c’uburundi cariko kiracamwo. Muvyo JICA igiye kw’ihutira gukora n’ukubandanya imigambi yari yarahagaze, aha umugambi ugiye kuja imbere akaba ari isanurwa n’isubirwamwo ry’ikivuko ca Bujumbura, amasezeno y’ivyo bikorwa  akazoterwako umukono muri uku kwezi kwa munani. Ibikorwa nyezina bikazotangura mu kwezi kwa gitugutu uyu mwaka nyene. Ikindi iryo shirahamwe ngo rigiye kwihutira n’uguteza imbere uburimyi bw’igiterwa c’umuceri mukiyaya c’imbo.  Ivyo bikaba vyamenyeshejwe na Shin Maruo aserukira JICA akaba afise ici caro mu gihugu c’urwanda. Kuruhande rwa Leta y’uburundi, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu  Isidore Ntirampeba yamenyesheje ko Leta inezerejwe cane n’uko JICA igarutse gukorera mu Burundi. Yamenyesheje kandi ko igaruka rya JICA mu Burundi ko ari ikimenyetso cerekana ko amahoro n’umutekano vyagarutse hano mu gihugu. Agahamagarira n’abandi bagwizatunga ba bayapani kuzana imitahe yabo, leta nayo ngo ntaco itazokora kugira ibandanye ibungabunga amahoro n’umutekano. Ibiro vy’ishirahamwe  JICA biri mu Burundi kuva mu mwaka w’1981. Muri kino gihe bigiye gukoresha abakozi bane b’abarundi hamwe n’abahinga babiri ba bayapani.
Ikigo API kivuga ko hashinzwe amashirahamwe 4.080 mu gice ca kane c’umwaka wa 2018 ushira 2019
Umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe API (Agence de la Promotion des Investisseurs) Leonard SENTORE amenyeshako amashirahamwe yashinzwe mu gice ca kane c’umwaka wa 2018 ushira umwaka wa 2019 angana 4.080 muriyo ibice 83 kw’ijana akaba arivy’amakoperative mu gihe murico gice nyene mu mwaka wa 2018 hashinzwe amashirahamwe 842. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kane igenekerezo rya 25 Mukakaro 2019 ariko ashikiriza ivyaranguwe n’ico kigo murico gice ca kane,Leonard SENTORE yamenyesheje ko ibindi vyakozwe iruhande yo gushinga amashirahamwe, ari guhimiriza kugira abantu baje hamwe mu kwiyungunganya ,gutanga uturusho kubijanye n’itegeko rigenga gushinga imitahe. Uwo mukuru w’ikigo API avuga ko murico kiringo, ubuzi bwashoboye gutangwa n’amakoperative yashinzwe bungana 529 bugaharurwa ku bice 149 kw’ijana mu gihe ubuzi bwari butegekanijwe gutangwa bwangana 355. Uwo mukuru w’ico kigo aheraheza avuga ko bagize ibikorwa vyo kugendera amashirahamwe amaze gushingwa ,gutanga ubumenyi ku rwaruka hamwe n’abakenyezi kubijanye no kwiyungunganya hamwe no gutunganya imigambi.
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yuguruye ihayanishwa gurisha ry’ivyahinguriwe mu Burundi
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO yuguruye kuruno wa gatatu igenekerezo rya 24 Mukakaro umwaka wa 2019 ihayanishwa gurisha rya gatatu ritunganijwe ry’ivyahinguriwe mu Burundi. Mur’ico gikorwa co kwugurura iryo hayanishwa gurisha ryitabwe n’amahinguriro menshi asanzwe ahingura ibintu bitandukanye mu gihugu c’Uburundi hamwe n’ayandi mashirahamwe akora imirimo itandukanye, Gaston SINDIMWO yaboneyeho akaryo ko kwirabira  bimwe bimwe mubiriko birahayanishwa. Umunyamabanga mukuru w’ikigo gihurikiyemwo abarwizatunga CFCIB yavuze ko amahinguriro hamwe n’ubudandaji bikwiye gushigikirwa kuko arivyo nkingi y’iterambere mu gihugu.
Isekeza BIRASHOBOKA ryoba rimaze gushika kw’ihangiro ryaryo ?
Kur’uyu musi wa mbere igenekerezo rya 22 Mukakaro 2019, ikigo citerambere n’amashirahamwe y’ibiyaga binini  mu mugambi wabo w’isekeza witiriwe BIRASHOBOKA wiyemeje gufasha kugabanya ubukene mu Burundi, baramutse batunganya ikiganiro n’inama idasanzwe mu gihe bari bamaze amezi arenga indwi bakora ivyigwa hano mu Burundi ku bijanye no gufasha amashirahamwe mato mato mukuyereka ukwo akwiye gukorera mu mategeko, ukwo bigenda haba muri vya bigo bijejwe kworohereza abanyamitahe bato bato nka API kijejwe kwandika amashirahamwe avutse na BBN kijejwe kwemeza idandazwa ry’ibintu vyaba ivyakorewe ngaha canke ibivuye hanze, mu guca irya nino intambamyi n’ibindi aho rero baramutse bashira ahabona ivyo bitororokanije. Abatunganije ico kiganiro n’ivyo vyigwa Umwigisha muri za kaminuza Dr Barumwete Simeon, Aimable Manirakiza na Bruce Vaillant Ntangibingura bamenyesheje ko mu Burundi hari umuce munini w’abantu bakora ibikorwa vyabo mu buryo budaciye mu mategeko aho usanga atanahamwe ibikorwa vyabo bizwi mugihe Ivyo bikorwa ari bimwe mubisahiriza ubutunzi n’iterambere ry’igihugu haba mu gutuma amafaranga atembera mu bantu haba mu gutanga ubuzi hamwe n’ibindi vyinshi biza bituma igihugu gitera imbere. Ivyigwa vyasanze ko akenshi abakorera mur’iyo nzira ar’uko haba hari ukutamenya ko bategerezwa gusaba uburenganzira bwo gushobora gukora biciye mu mategeko mu kuja gusaba uburenganzira muri vya bigo bijejwe kworohereza abanyamitahe bato bato ikindi nuko bavyihoza kuberako ivyo bigo usanga umengo ntibiborohereza gutyo bigatuma haba akajagari ko kutamenya neza na neza umurwi w’amashirahamwe akorera mu Burundi canke mbere ugasanga amashirahamwe azwi ni make ugereranije n’amashirahamwe akorera mu gihugu. Ivyo vyigwa biciye mu mugambi BIRASHOKOBA nivyo gukaburira abanyamitahe bato bato bakora batazwi hamwe no guhamagarira ivyo bigo ubwavyo kugira vyorohereze abo banyamitahe mu ntumbero yo guterera mw’iterambere ry’igihugu. Ibigo nka BBN na API vyasabwe kworohereza abavyituye hamwe no gusubiramwo ukwo bikora ari nayo ntumbero y’iryo sekeza mu gufasha igabanurwa ry’ivyo bisaba abavyituye haba mu kugabanya ibintu bisabwa kugira ishirahamwe ryemerwe nk’amafaranga asanzwe asabwa kugira ishirahamwe rishasha ryemerwe mu kigo API, kugabanya ibisabwa n’ikigo BBN kugira ikidandazwa kanaka cemerwe, imisi vyahora bitwara kugira ishirahamwe ryemerwe aho mbere banasaba ko ibikorwa vy’ikigo nka API vyokwegera abanyagihugu mu ntara baba barimwo canke mbere bagashiraho n’ubuhinga bwa none bwo gushobora kwiyandikisha umuntu atarinze arashika aho ico kigo gikorera. Abateguye iryo sekeza barashimishwa n’intambwe bagezeko mw’uwo mugambi wa BIRASHOBOKA aho hari vyinshi bimaze gukorwa haba ku banyamitahe canke kw’ivyo bigo bijejwe kworohereza abanyamitahe kandi bizeye n’ibindi bigeye kubandanya bikorwa kugira abantu bose bashobore gukorera mu mategeko kandi mu buryo bworohereza bose.

OLUCOME ivuga ko ibura ry’igitoro rizohava rituma igiciro caco kiduzwa mu gihugu
Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire hamwe no gusesagura amatungo ya Reta OLUCOME rimenyeshako ibura ryibonekeza mu gihugu ry’igitoro muri kino gihe  rizohava rituma haba iduzwa ryaco vyongere bitume haba ingaruka nyinshi zitandukanye ku buzima bw’abanyagihugu. Mw’itangazo inomero 09/OLUCOME/07/2019 ryo kw’igenekerezo rya 18 Mukakaro 2019 OLUCOME yasohoye ,umukuru waryo Gabriel RUFYIRI avuga ko ibura ry’igitoro rimaze imisi mu gihugu c’Uburundi gishobora kuba icitwazo co kuduza igiciro ry’ico gitoro nkuko vyibonekeje mu misi yaheze aho kimaze imisi kibura caca kiduzwa igiciro. Gabriel RUFYIRI avuga ko mu misi iheze vyose vayatangura aruko igitoro cabuze inyuma yaho abasanze barangura igitoro bakizana mu gihugu hamwe na reta bamaze kubona ko abantu bakeneye bimwe biboneka igitoro baca baduza ibiciro cavyo. Uwo arongoye OLUCOME abandanya avuga ko amafaranga y’igihugu abandanya ata  agaciro  gushika ku bice 81 n’igice kimwe ugereranije n’umwaka wa 2015 aho ico gihe idorare ry’abanyamerika ryavunjwa 1700 y’amafaranga y’amarundi muri 2015 mu gihe ubu rivujwa amafaranga 3080 ,Reta yarikwiye gushira ikigega c’intekabizoza c’igitoro mu gishingo co gutegekanya kuduza igiciro c’igitoro. Uwo mukuru w’iryo shirahamwe avuga kandi ko reta yategekanya gishiraho mu misi yaheze ikigega c’integabizoza ku giciro cohindutse buri mwaka kandi arico cofashije mu bijanye no gushinga ibiciro vy’igitoro aho gitangirwa ku ma sitasiyo gushika ubu bitarashirwa mu ngiro bigatuma abanyagihugu baba mu buzima bubi kandi ico kigega cofashije gushinga ibiciro vyaba vy’igitoro eka n’ibindi bintu bidandazwa bijanye naco. Gabriel RUFYIRI asaba kugerageza gushiraho ikigega c’integabizoza nkuko vyategekanywa ,gushiraho umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gukurikirana ikigega c’integabizoza kugira gishingwe hamwe no gukoresha umuhora wo mu mazi mu kuzana igitoro mu gihugu kuko ariyo nzira izimbutse mu ntumbero yo gufasha kugabanura igiciro cavyo.
Pierre NKURIKIYE aragabisha abashorera umwimbu mbumbarugo hanze y’igihugu
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza n’igihe c’isibe Pierre NKURIKIYE aragabisha abadandaza baba mu ntara z’igihugu zihana imbibe n’ibihugu bibanyi bashaka kujabukana umwimbu w’ivyimburwa mbumbarugo ko kizira kikaziririrwa gusohokana hanze uwo mwimbu w’imfungurwa mbumbarugo. Ivyo yabishikirije ku musi wa mbere igenekerezo rya 16 Mukakaro umwaka wa 2019 aho yavuze ko abo badandaza babikora bibazako ariho bashobora kuronka amafaranga menshi ariko bakirengagiza ingingo yafashwe n’abajejwe intwaro ibibuza. Pierre NKURIKIYE yavuze ati : “Uwuzoshora hanze y’igihugu umwimbu mbumbarugo azofatwa nivyo yaratwaye kudandaza bifatwe yongere akorerwe idosiye mu butungane kugira igituma agarariza ingingo ziba zarafashwe n’abarongozi kimenyekane.” Uwo muvugizi w’ubwo bushikiranganji yibutsa abantu bose  yuko ingingo ya reta ijanye no kubuza gushorera hanze y’igihugu ivyimburwa mbumbarugo ikiriho kandi ibandanya ishirwa mu ngiro.
Ibikoresho vyo mu nzu vyaduze cane igiciro mu ntara ya MAKAMBA
Bimwe Mu bikoresho vyo munzu nk’ama matelas yo kuryamako hamwe n’ivyo bifashisha Mu kwicara kuntebe bita Ama coussins Mu gifaransa vyaduze cane Mu ntara y’amakamba biturutse kumafaranga y’agaciro yaduze cane Imatelas zikaba zaduze hagati y’ibihumbi 10 na 15 nayo Ama kuse akaba yaduze hagati y’ibihumbi 15 na 25 Mu masoko atandukanye yo ngaho i Makamba Abadandaza bavuga ko ivyo vyavuye kw’ibura ry’amahera y’agaciro akoreshwa Mu kurangura  mu gihugu ca tanzaniya Nayo abaguzi bakavuga ko babuze Ayo bacira nayo bamira Igiciro c’imatela kikaba caheruka kuduga Mu kwezi kwa gatanu muri iyo ntara biturutse kw’ikena ry’amahera y’agaciro
Ubuyobozi bw’ubuhinga bwa none mw’ibanki Nkuru y’igihugu bwahawe urupapuro rw’iteka 
Ibanki nkuru y’igihugu biciye mu buyobozi bw’ubuhinga yaronkejwe urupapuro rw’iteka rwemeza ko iri mu ma banki akingira ibikorwa vyayo hisunzwe amategeko mpuzamakungu ISO 27001:2013. Umuyobozi w’igisata kijejwe ubuhinga mw’ibanki nkuru y’igihugu Bernard NDAYIZIGA arashima cane intambwe ibanki nkuru igezeko mu kuziganya ingene isohora canke itanga amakuru y’ibikorwa vyayo navyo bihurikiye mu kubika ibanga ridapfa kuronka uwari wese atabinegewe, kuba ikora neza no kuronsa ku mwanya ibiba bisabwe. Arongera akavuga ko bari bamaze umwaka bariko berekwa ingene bigenda kugira iyo banki ishobore kwemerwa ku rwego mpuzamakungu ari navyo baramutse bashikako. Urwo rupapuro rw’iteka baruronkejwe nishirahamwe risanzwe ritanga be nizo Mpapuro ryitwa SIR. Urwo rupapuro rumara ikiringo c’umwaka hama bene kurutanga bakaza baraza kugenzura ko ya mategeko agikurikizwa nkuko vyasezeranywe.
Ibanki yagenewe urwaruka yoba igiye gutangura vuba ?
Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean Claude KARERWA amenyesha ko vuba mur’uno mwaka wa 2019 ibanki yagenewe urwaruka igiye gutangura vuba mu ntumbero yo gufasha urwaruka gushobora kuronka ingurane kugira rwiyungunganye. Ivyo yabishikiirije kuruno wa gatanu igenekerezo rya 21 Ruheshi 2019 mu kiganiro c’abavugizi b’inzego z’igihugu aho yashikiriza ijambo yarungikanywe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre NKURUNZIZA. Mur’iryo jambo yarungikanywe n’umukuru w’igihugu ,Jean Claude KARERWA yavuze ko umukuru w’igihugu c’Uburundi ashima abantu bitanga cane kugira amahoro n’umutekano bisasagare mu gihugu kandi ashima abantu bitanga mu gufasha umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba hamwe n’abafasha mu guterera amatora yo mu mwaka wa 2020. Uwo avugira umukuru w’igihugu c’Uburundi avuga ko umukuru w’igihugu c’Uburundi asaba abantu bose kugira akigoro kugira bakingire isi ndimwa ,amasoko yose hamwe no gukingira ibidukikije kuko  arivyo soko nkuru y’ubuzima.
FAO ivuga ko uburimyi bufise ikibanza kinini mu guterera muvy’ ubutunzi bw’igihugu mu Burundi
Uwuserukira ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe uburimyi no kugwiza imbuto FAO (Food Agriculture Organization) mu Burundi,Isaias Angue Obama Oyono avuga ko uburimyi mu Burundi bufise ikibanza kinini mw’iterambere kuko buterera ibice 35 kw’ijana vy’amafaranga yo hagati mu gihugu (PIB) hamwe no ku bice 90 kw’ijana mu kwinjiza amafaranga y’agaciro. Ivyo yabishikirije mu nama yatunganijwe n’sihirahamwe FAO rifadikanije n’ikigo ISTEEBU kubijanye n’ivyogenderwako mu karere muri rusangi mu gukora rusansuma kubijanye n’uburimyi . Angue Obama yavuze ko naho uburimyi bufise uruhara runini mu guterera mu butunzi bw’igihugu ata rusansuma irakorwa kubijanye n’uburimyi hamwe n’ubworozi kubw’ivyo ata biharuro bigezweho vyofatirwako ku masuzuma atandukanye .  Umukuru w’ikigo ISTEEBU Nicolas Ndayishimiye avuga ko urwo rusansuma niyo rwakorwa ku burimyi n’ubworozi bizofasha kugira haboneke amakuru akwiye kubijanye n’imirima,ibibanza vyo kubakamwo hamwe n’ibibanza vyo kurimamwo. Uwo atwara ikigo ISTEEBU avuga ko igihugu c’Uburundi kiriko citegura kugira mu mwaka wa 2022 hazokorwe rusansuma igira 4 y’abanyagihugu hamwe n’ibibanza muri rusangi.
Igisata kijejwe amafaranga muri BRB gisaba abarundi gukoresha neza inoti nshasha ziherutse gusohoka
Umukuru w’igisata kijejwe ivy’amafaranga mw’Ibanki nkuru ya Repuburika y’Uburundi,,Augustin RIRAGENDANWA asaba abarundi bose hamwe n’abanyamahanga baba mu Burundi gufata neza inoti nshasha ibanki nkuru y’igihugu iherutse gusohora mu kutazizinga incuro irenze imwe canke kuzitabura ku mitwe yazo kugira zishobore gukoreshwa mu kiringo kirekire mu gihugu. Mu ruganda ibanki nkuru y’igihugu yatunganije kuruno wa gatanu igenekerezo rya 14 Ruheshi 2019 ku bamenyeshamakuru bakora mu gisata c’ubutunzi, Augustin RIRAGENDANWA avuga ko ibishasha biranga izo noti uko ari zine ari urupapuro zikozwemwo rwarahinyanyuwe bikazotuma ziramba kurusha izahoraho hamwe n’akanyuzi gashasha kari hagati muri izo noti gasa n’akagenda karacikagurika karimwo umutwe w’inka n’ivyandiko vya BRB bihindagura ikibanza binyaruka iyo uhengetse inoti. Bishasha bimwe biri murizo noti ni nk’ishusho y’inanasi iri ku noti y’ibihumbi bibiri,iyigiseke iri ku noti y’ibihumbi bitanu hamwe n’ishusho y’ingoma iri ku noti y’ibihumbi 10 ariko ivyandiko “BRB” vyari ku noti zahahora bikaba vyarakuweko kugira ibimenyetso bihindura amabara iyo inoti ihengetse biboneke neza. Uwo arongoye igisata kijejwe ivy’amafaranga mw’ibanki nkuru y’igihugu avuga kandi ko mw’ishusho y’agaseke kari ku noti y’ibihumbi 5 hamwe n’iyingoma ku noti y’ibihumbi 10 hari akazingi kiyunguruza iyo inoti ihengetse kakaba kasubiriye umurongo ushinze wiyunguruza uri muri ayo mashusho ku noti zahahora. Bitegekanijwe ko izo noti z’amajana atanu,ibihumbi 2,ibihumbi 5 hamwe n’ibihumbi 10 zahahora hamwe n’izo nshasha zizokoreshwa zose mu rudandazwa kandi ko abafise inoti zahahora bashobora kuzihinduza ataco basabwe mu mabanki no mu mashirahmwe yo kuziganya no kuguranana ,yaba abayafisemwo ububiko canke abatabufise ,ariko ikiringo  c’amezi 3 giheze n’ukuvuga gushika kw’igenekerezo rya 2 Myandagaro 2019 ibanki nkuru BRB ariyo izoba irekuwe guhindura izo noti zasubirijwe ibanje gukurako ibice 5 kw’ijana ku mafaranga azoba ahinduje.
BRB yatunganije inama yo gusigura akarusho k’isoko ya kabiri y’imitahe yo kugurana reta 
Ibanki nkuru y’igihugu BRB yatunganije kur’uno wa gatatu igenekerezo rya 12 Ruheshi 2019 inama ihuza abakorera mu bisata bitandukanye vy’ubutunzi n’ibindi mu ntumbero yo kubamenyesha hamwe no kumenyekanisha isoko igira kabiri  ry’imitahe yo kugurana reta. Pelagie NINTUNZE yatanze icigwa kubijanye n’iryo soko ry’imitahe ya kabiri avuga ko reta ifise uko itunganya ibikorwa vyawo kugira ironke amahera itegekanya gukoresha kugira hagize igihe uburyo ikirosha buba bunini,reta ica yifashisha  uburenganzira bwo kugurana amafaranga iba ibuze hama ikayaca mu mirwi aho hari ayo izoriha mu kiringo gito nayo izoriha mu kiringo kirekire . Pelagie NYANDWI avuga ko hariho amahera arihwa mu mwanya muto yishurwa mu mezi 3 canke 6 canke mu kiringo c’umwaka  inyungu yayo ikarihwa imbere mu gihe ayandi itegekanya kuriha mu mwanya munini nk’inyuma y’imyaka ibiri canke irenga,reta irerekana mu kiringo c’umwaka inyungu bazokungukirwa imbere yuko bayahabwa. Uwo yatanze icirwa avuga ko isoko ntoyi canke ya mbere arirya reta ikeneye amahera iyashira kw’isoko biciye mu banki nkuru y’igihugu bamaze kuyagurana reta, ica ibaha ivyemeza ko bayiguranye amafaranga ,isoko ya kabiri nayo ijamwo amabanki y’ubudandaji kuko ariyo akwije  ibisabwa kugira aje muriryo soko rya kabiri. Ibikenewe kugira amabanki y’ubudandaji ashobore kuja mu gikorwa c’isoko y’imitahe ya kabiri yo kugurana reta, n’ ukwitunganya mu bijanye n’ amategeko agenga amabanki ,kuba ifise umutahe usabwa kuva ku miriyaridi 3 gushika ku miriyaridi 10 y’umutahe. Pelagie NYANDWI avuga ko akamaro k’iyo soko ya kabiri yo kugurana imitahe reta aruko kare mu gice ca mbere cari kiriho abantu batinya kugurana reta ku kiringo kirekire kuko ikiringo kitageze uwaguze uwo mutahe atashobora kubwira reta ngo yishurwe nkigihe afise ikibazo, yategerezwa kurindira ikiringo gishitse ariko kw’isoko ya kabiri abaguranye reta uburyo bwabo bazoshobora kuburonswa  kumwanya bashaka kandi ku giciro kitavuna. Pelagie NYANDWI abandanya avuga ko iyo soko y’imitahe yo kugurana reta ifise akarusho kanini kuko   inyungu reta yungukira umuntu atakori ayitangako,kuko amafaranga y’inyungu azoyaronka yose ku mwanya wategekanijwe kandi ku mwanya wategekanijwe.
Ubuzima bwarazimvye ntibwasiga inyuma n’abashingura ababo
Amafaranga yahora ahabwa umuryango w’umukozi wa reta yitavye Imana kugira ashinguranwe iteka yadugijwe na reta y’Uburundi akaba yavuye ku mafarnga ibihumbi ijana na miringo ibiri na bine n’amajana atanu (124.500F) ashirwa ku mafaranga ibihumbi amajana umunani (800.000). Ivyo vyemejwe mu nama nshikiranganji yakoranye kur’ uwu wa gatatu igenekerezo rya 7 Ruheshi 2019 inyuma yaho abagize reta basanze amafaranga yatangwa k’umuryango w’umukozi yabuze kugira ashingure uwiwe ari make cane ugereranije n’ibiciro vy’ubu bijanye no gushingura abantu. Muriyo nama nshikiranganji haboneweho akaryo ko gushinga umurwi uzokwiga wongere uce hirya no hino uko abakukurutse mu kazi ka reta bokwitabwaho gusumba mu ntumbero yo gusununura ubuzima bwabo kuko kenshi basanze butifashe neza.
Mu nama yatunganijwe kubijanye n’ubutunzi mu karere k’ibiyaga binini havugiwemwo iki ?
Ikigo kijejwe kwigisha ibijanye no kworohereza abashaka kwiteza imbere CDE Great Lakes (Centre for development Interprises) catunganije inama kuruno wa gatatu igenekerezo rya 5 Ruheshi 2019 ihuza abigenga bakorera mu bisata vy’ubutunzi mu bihugu vy’ibiyaga binini kugira bahanehane ivyiyumviro vyotuma bitorera inyishu ibibazo vy’ubukene murako karere. Umukuru w’ikigo CDE Great Lakes ,Aimable MANIRAKIZA yavuze ko batunganije iyo nama rukokoma kugira batange ivyiyumviro n’intumbero yofasha abantu benshi kumenya ko hari inyishu urwaruka rushobora kuronka akazi hamwe no gufasha abantu bafise imitahe mike gushobora kwiyungunganya mu bikorwa borangura. Patrick MARDINI yatanze icigwa kubijanye nuko ubutunzi bwifashe mu bihugu vy’ibiyaga binini hamwe nuko ivyo bihugu bisumbasumbanye mu kunagura ubutunzi ugereranije n’ibindi bihugu kw’isi, yavuze ko igituma ibihugu vyinsi bidatera imbere aruko bidashiraho ubwigenge kubijanye n’urudandazwa mu gihe aribwo nkingi mw’iterambere. Patrick MARDINI yavuze ati : “ubwigenge mu guhanahana ibidandazwa nivyo bituma ibihugu bitera imbere ariko ikibazo kiriho nuko usanga kenshi bashira imbere ikori n’amatagisi mu gihe abantu bashobora kugura ibifungurwa bitandukanye ku giciro gito bigatuma ubuzima bwabo butera imbere.’’ Kugira ibihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini bishobore kunagura bimwe bishimishije ubutunzi bwavyo, Patrick MARDINI avuga ko ubutunzi hamwe n’urudandazwa bihabwa ukwigenga,abantu bakiyungunganya ubwabo aho kurindira guhabwa akazi hamwe no kugabanya k’urugero rwo hasi ibijanye no kurihisha ibidandazwa vyinjiye biciye ku mbibe.
OLUCOME itunga agatoke Inama nshingamateka
Ishirahamwe rirwanya ibiturire n’isesagurwa ry’umutungo OLUCOME ryisunze umugambi ngengamahera w’uburyo Leta izokoresha mu mwaka uza wa 2019/2020, rigira riti : Mbega akamaro k’inama shingamateka karihe mugihe bemeza iduzwa ry’ama tagisi ku banyagihugu basanzwe basinzikajwe n’ubukene kandi bigakorwa ku nyungu za bamwe bamwe. OLUCOME ibandanya ivuga ko inyuma yaho Inama nshingamateka yemeje uwo mugambi ugenga amafaranga Leta izokoresha wo mu mwaka uza, basanze hakugabanuka ahubwo amafaranga yiyongereye aho kuyo Leta iharura kuzokwinjiza mu kigega ari imiriyaridi 1327,1 mu ma faranga y’amarundi ugereranije n’imiriyaridi 1237,1 y’umwaka uheze ; ayazokoreshwa nayo yavuye ku miriyaridi 1400,7 z’amafaranga y’amarundi aja ku miriyaridi 1516,2 z’amafaranga y’amarundi. OLUCOME kandi iratangazwa n’uko Leta igiye gushiraho ingingo nshasha k’ubw’uwo mugambi ngengamahera wa Leta wa 2019/2020 mu vy’amakori aho izo zizosubiramwo uburyo bushasha bwo gutoza amakori mu mice yose.
Faustin NDIKUMANA : "Hamwe hatogira igikozwe , u Burundi buzoguma muri za ngorane "
Ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro PARCEM mw’isekeza bitiriye Ukuri ku biduhanze, Faustin NDIKUMANA arirongoye yaciye irya n’ino ku ngorane zijanye n’iduzwa ry’ibiciro, ubuzima buzimvye hamwe n’ingene hofashwa iduzwa ry’ubushobozi bwo kugura bw’umunyagihugu aho ar’ibintu vyategerezwa kuba umwitwarariko kubategetsi b’Uburundi. Mu kiganiro uwurongoye ishirahamwe PARCEM yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kur’uyu wakane igenekerezo rya 23 Rusama 2019 agashimikira cane cane kubijanye niduzwa ry’ibiciro aho yamensheje ko ibiciro vyagiye biduga gushika ku rugero rwa 20 kwi jana bikagabanuka gushika kurugero rwa 10 kwi jana bica rero bituma ubuzima buzimba cane hamwe kandi n’ubushobozi bwo kugura bw’abanyagihugu aho mu Burundi abitwa ko bafise umushahara bari kur’urugero rwa 8 kwi jana, bisigura ko abasigaye ari abikorera utwabo kandi abenshi bakora n’ibikogwa bidafashe nk’abarimyi aho n’uburimyi bakora usanga buba budafashe cane. Ni mwiyo ntumbero nyene yashize ahabona ibintu bikwiye kwicarigwa mukugira haboneke umuti urama uza ugirira akamaro abanyagihugu. Ubwa mbere ni kubijanye n’umwimbu w’ibiribwa mu gihungu aho biboneka ko ugereranije umwimbu w’ibiribwa hamwe n’igwirirana ry’abantu uca usanga ataho bihuriye nagato kuko ubu rusansuma yerekana ko turenga imiriyoni cumi muga ugasanga umwimbu dufise ungana n’uwo twahorana mu mwaka w’1990 utigeze wiyongera. Ivyo rero bigaca bitera ikibazo na rirya ubu abantu bo kugaburira biyongereye cane kandi uburimyi nabwo dufise atari uburimyi bujana n’ibihe. Ubwa kabiri naho n’ibijanye n’ibura ry’ibitoro, ukuzimba kw’umuyagankuba kubera usahirizwa nibindi b’imashini vyo ku ruhande, tudasize inyuma amakara aho biboneka ko vyazimvye kubera ibiciro vy’umurengera ku baca ibiti. Ubwa gatatu naho n’ibijanye nama tagisi. Aha bikava kukubera uburyo bw’abafasha leta bwagabanutse kandi ikenera kurangura imigambi y’iterambere n’ibindi ari navyo bica bituma yikora ku ma tagisi mukuyagwiza hama ingaruka zavyo zikabonekera mwiduzwa ry’ibiciro. Ubwa kane naha igihucu c’Uburundi kitagira umuhora ugishikana kw’ibahari aho mu kw’injiza ibintu usanga ataho baronka vyokwinjirira bizimbutse bikaba ngombwa ko barinda kubisanga ku kivuko c’I Dar-El-Salam canke I Mombassa kandi bigafata inzira y’ibarabara nayo ikaba ari inzira izimvye mugihe Tanganyika yari imwe mu nzira nziza yo gucishamwo ibintu muga biboneka ko idakoreshwa kurugero rukwiye. Ubwa gatanu n’ikijanye n’amafaranga y’agaciro hamwe n’inyungu z’amabanki aho biboneka ko mu gihugu amafaranga y’agaciro aboneka azimvye cane bigahungabanya abakora urudandazwa kuko atari bose bayaronka baciye mw’ibanki nkuru y’igihugu kuko hari ubudasa hagati y’amazu adandaza ayo mafaranga ugereranije n’ibanki nkuru. Ama banki nayo asaba inyungu z’umurengera ababa baje kwaka ingurane, ibi vyose bigaca bituma ibiciro bica biduga kuko uwuronse ingurane iherekejwe n’inyungu ya banki y’umurengera kandi akaronka n’amafaranga yagaciro ku giciro kizimvye aca avyisunga mu gushinga ibiciro. Ubwa gatandatu ari nabwo bwanyuma n’intwaro itabereye aho ahanini irangwa n’ingendo y’ibiturire aho usanga gutanga amasoko rusangi bidakogwa mu nzira y’ukuri hamwe n’ukwikika mu kiza kw’abadandaza mu kuduza ibiciro. Ibi vyose rero n’ibintu biticariwe ngo vyigweko neza, uburundi buzoguma muri za ngorane nyene z’ubuzima buzimvye n’iduzwa ry’ubushobozi bwo kugura bw’umunyagihugu.
Inoti nshasha zihinyanyuwe zasohowe n’ibanki nkuru BRB
Ibanki nkuru ya Repuburika y’Uburundi imenyeshako habonetse inoti nshasha zihinyanyuwe z’amafaranga 500,ibihumbi 2,ibihumbi 5 hamwe n’inoti y’ibihumbi 10 kandi ko izo noti zigiye gukoreshwa mu gihugu cose kuva kw’igenekerezo rya 2 Rusama umwaka wa 2019. Mu kiganiro umuyobozi mukuru w’ibanki nkuru y’igihugu yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kane igenekerezo rya 2 Rusama umwaka wa 2019,Jean CIZA avuga ko ibishasha biranga izo noti uko ari zine ari urupapuro zikozwemwo rwarahinyanyuwe bikazotuma ziramba kurusha izahoraho hawe n’akanyuzi gashasha kari hagati muri izo noti gasa n’akagenda karacikagurika karimwo umutwe w’inka n’ivyandiko vya BRB bihindagura ikibanza binyaruka iyo uhengetse inoti. Bishasha bimwe biri murizo noti ni nk’ishusho y’inanasi iri ku noti y’ibihumbi bibiri,iyigiseke iri ku noti y’ibihumbi bitanu hamwe n’ishusho y’ingoma iri ku noti y’ibihumbi 10 ariko ivyandiko “BRB” vyari ku noti zahahora bikaba vyarakuweko kugira ibimenyetso bihindura amabara iyo inoti ihengetse biboneke neza. Uwo arongoye ibanki nkuru BRB avuga kandi ko mw’ishusho y’agaseke kari ku noti y’ibihumbi 5  hamwe n’iyingoma ku noti y’ibihumbi 10 hari akazingi kiyunguruza iyo inoti ihengetse kakaba kasubiriye umurongo ushinze wiyunguruza uri muri ayo mashusho ku noti zahahora. Jean CIZA avuga ko izo noti z’amajana atanu,ibihumbi 2,ibihumbi 5 hamwe n’ibihumbi 10 zahahora hamwe n’izo nshasha zizokoreshwa zose mu rudandazwa kandi ko abafise inoti zahahora bashobora kuzihinduza ataco basabwe mu mabanki no mu mashirahmwe yo kuziganya no kuguranana yaba abayafise mububiko canke abatabufise  ariko ico gihe c’amezi 3 giheze ibanku nkuru BRB ariyo izoba irekuwe guhindura izo noti zasubirijwe ibanje gukurako ibice 5 kw’ijana ku mafaranga azoba ahinduje. Jean CIZA aheraheza atera akamo abarundi bose hamwe n’abanyamahanga baba mu Burundi gufata neza izo noti nshasha kugira ngo zishobore gukoreshwa mu kiringo kire kire.
Kazoza Finance yatanguje uburyo “Kazoza Plus” bufasha abanywanyi bayo mu migambi yabo 
Ishirahamwe ryo kuguranana no kuziganya Kazoza Finance ryatanguje kuruno wa kane igenekerezo rya 2 Rusama 2019 uburyo bushasha bwo gufasha abanywanyi bayo gutorera umuti w’ibibazo bafise na cane cane mu kubafasha guteza imbere imigambi yabo ico bise “Kazoza Plus”. Umuyobozi mukuru w’iryo shirahamwe ryo kuziganya no kuguranana Kazoza Finance, Aime SINANIRANYE avuga ko kubona batanguje ubwo buryo bushasha “Kazoza Plus” bashaka ko ivyo bize n’ivyo babonye mu myaka 7 bamaze bakora bobiha abandi mu kubaronsa inyigisho kugira imigambi yabo itunganywe,ibeho hamwe no gutera imbere. Aime SINANIRANYE avuga ati :“ Vyose twabishize muri Kazoza Plus kugira umuntu wese afise iciyumviro co kwiteza imbere azoherekezwe kugira arangure umugambi wiwe.” Kubijanye no gushigikira igisata c’uburimyi,Aime SINANIRANYE avuga ko buri mwaka ico gisata bakitegekanirije amafaranaga angana imiriyoni 500 kandi ari intambwe ishimishije murico gisata ugereranije n’imyaka bamaze ishirahamwe ryabo ritanguye akazi. Kubijanye n’inyungu isabwa kuwasavye ingurane,uwo arongoye iryo shirahamwe ryo kuziganya no kuguranana avuga ko Kazoza Finance iri mu mashirahamwe yo kuziganya no kuguranana basa inyunge nke ugereranije n’abandi kuko batanga ibice 8 kw’ijana kuwuyazanye mu gihe uwuyasavye asabwa ibice 14 kw’ijana ,ariko igikuru aruko bakurikiza amategeko y’igihugu uko asabwa ata na kimwe bakuyemwo. Ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana Kazoza Finance ryatanguye mu mwaka wa 2012 rifise abanywanyi bashika ibihumbi 2 n’umutahe ungana imiriyoni 200 ariko gushika ubu mu mwaka wa 2019 bakaba bageze ku banywanyi ibihumbi 23 hamwe n’umutahe w’imiriyoni 500.

Mbanje gushima uwo mugambi mwiza.
Nanje rero ndi n’iteka ntangere ryo kubaba za nti :
Mbega uwemererwa I ngura ne aba ameze gute ?
umuntu araronka Ingurane atagira ico arwatiriza ?
ubu nanje ntaruguruza compte noronka I ngura ne ?
Jewe mubisanzwe ndi umwe mubana te imyaka 3 aramaze amashuri ariko ntakazi ndaronka naho vyoba I biranka. Ubu ndi ga gucuruza agatahe mfise niga to cane, gatuma ninyungu I bantou cane, kandi amadepense ari menshi. I tike ya bus, kuriha inzu, amatafari namaze, gufongura, ayo namwe muma de pense ngira buri musi. Nsanzwe nkorera aha ruvumera. Kugira ndonke Ingurane, Yom fasha kwiza imbere nkaza ndariha buri ukwezi, mwobimfasha ?
Mbaye ndashima ku nyinshi nziza muzompa mukibona ubu butumwa, mba Carama kinama M. Forest no 65
Woba uzi bamwe mu bakozi bakoze neza gusumba abandi baronkejwe udushimwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi ?
Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yaronkoje kuruno musi mukuru w’abakozi n’akazi bamwe mu bantu bakoze neza mu kiringo c’umwaka yongera ashimira zimwe mu ntara n’amakomine yaje mu ya mbere mu gutunganya neza imigambi y’iterambere ,uwuri mu baronkeje ubwo bushimwe akaba ari Olivier NIYUNGEKO batazira Mutombola asanzwe ari umumenyereza w’intama mu Rugamba ku gikorwa yakoze co gushikana uwo murwi mu gikombe c’umugabane wa Afrika co mu mwaka wa 2019. Intara zitatu za mbere zaronkejwe agashimwe kubera zabaye izambere mu gutunganya neza imigambi iyiza ubwa mbere n’intara ya Makamba,ubwa kabiri hakaza intara ya Ngozi ,ubwa gatatu haza intara ya C’ibitoke mu gihe ikomine iza ubwa mbere ari komine Rugombo mu kibanza ca kabiri hari komine Mwumba ,ubwa gatatu hari komine Nyanza Lac ubwa kane  komine Buhiga mu gihe mu kibanza ca gatanu haza komine Mabayi,yaba intara canke ikomine imwimwe yaronswa amafaranga angana n’umuriyoni w’amarundi hamwe n’urupapuro rw’iteka rwerekana ko bakoze neza. Abandi bantu bari mu bashimiwe n’umukuru w’igihugu ni Gatabazi Yohani wo muri komine Bwambarangwe intara ya Kirundo ateza ibiterwa kama,ikoperative Shaka y’I Buhiga mu ntara ya Karusi,umushingamateka Justin NIYOBUHUNGIRO yatowe mu ntara ya C’ibitoke afise ibitaro,uwitwa Sylvestre BIGIRIMANA asanzwe ari umuhanuzi mu biro vy’umukuru w’igihugu akaba yaronse agashimwe kubera akora ibikorwa ajejwe neza. Murabo bashimiwe n’umukuru w’igihugu harimwo kandi Diane Gateka NIYONGABO yabaye uwumbare ku rwego rw’igihugu mu kibazo co mu mwaka w’icenda w’ishure nshingiro,Valery MANIRAKIZA umukuru w’urukino Judo,umunonotsi Jean De Dieu BUTOYI ,ishure ryisumbuye Muyange ryo mu ntara ya Rumonge,umurwi w’abamenyeshamakuru wo kw’iradiyo y’igihugu batunganya ikiganiro Terama,ishure ryisumbuye ryitiriwe Petero karaveri mweranda hamwe n’umwana Naomie NKURUNZIZA.
Ikigo API cemeza ko ivyo gushinga imitahe  biri muvyo kwerekana umwimbu uboneka mu buzima bw’igihugu
Umukuru w’ikigo kijejwe kworoherereza abanyamitahe API (Agence des Promotions des Investisseurs),Leonard SENTORE amenyeshako nimba  igisata co gushinga imitahe kibwirizwa kuba umushinge w’iterambere,umwimbu uvuye murico gisata utegerezwa kuboneka haba mu butunzi bw’igihugu,mu buzima bw’abanyagihugu,ku gutanga akazi hamwe no mu bijanye n’indero. Ivyo yabishikirijwe mu nama  yatunganijwe kuruno wa kabiri igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2019 aho ico kigo API cerekanye muri rusangi umwimbu wabonetse muvyo gushinga imitahe mu mwaka wa 2017 Uwo mukuru w’ikigo API yavuze ko ikigo arongoye citayeho gushiraho igitabo cerekana uko umugambi w’iterambere w’igihugu uha uruhara runini abakorera mu gisata cigenga nk’umushinge w’iterambere ry’ubutunzi hamwe no kunagura ubutunzi. Umwunganirizi w’umushikiranganji w’ikigega ca Reta Jean Lievin GAKWAVU yavuze ko reta y’Uburundi yashizeho ikigo API kugira gifashe iterambere ry’imigambi yo gushinga imitahe hamwe no gushora ibintu hanze. Uwo mwunganirizi w’ubushikiranganji w’ikigega ca reta yavuze kandi ko umugambi w’igihugu w’iterambere wo mu mwaka wa 2017 ushira umwaka wa 2027 uzokorohereza amahinguriro,kunagura abanyamitahe,kunagura igisata co gutwara ibintu n’abantu ,urudandazwa hamwe n’ubuhinga bwa none.
Ishirahamwe ABEF rivuga ko amafaranga ashirwa mu gisata c’uburimyi akiri make
Ishirahamwe ry’amabanki mu Burundi hamwe n’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana ABEF(Association des Banques et Etablissements Financiers du Burundi) rivuga ko amafaranga amabanki ashira mu gisata c’Uburimyi akiri make kuko ico gisata c’uburimyi gisaba uburyo budasanzwe vyongeye kugira urime hama ubone ko inyingu ibonetse bifata umwanya kandi n’ingaruka ico gisata gifise ari nyinshi kuko hashobora kuba uruzuba canke hakarwa imvura y’umurengera. Ivyo vyashikirije n’umukuru w’ishirahamwe ABEF, Audace BUKURU mu kiganiro yatanze inyuma y’inama yatunganijwe n’iryo shirahamwe mu ntumbero yo kurabira hamwe no guhanahana ivyiyumviro intererano y’amabanki mu kunagura ubutunzi bw’igihugu. Umukuru wa ABEF,Audace BUKURU avuga ko uburimyi butunze abantu benshi mu Burundi kuko ibice birenga 90 kw’ijana batunzwe nabwo ariko naho biruko hariho amabanki atanga ingurane mu vy’uburimyi nko mu burimyi bw’umuceri,ibiraya,ibitoke,ibigazi ariko icibonekeza aruko amafaranga aja murico gisata akiri make. Ku kibazo kijanye n’inyungu zisabwa ku madeni aba yatanzwe,uwo arongoye ABEF avuga ko hariho umugambi w’ibanki nkuru y’igihugu ujanye no gusohora itegeko rishiraho inyungu ntarengwa izokwakwa buri mu nywanyi kandi ko mu vyigwa biheruka gukorwa basanze amafaranga y’inyungu amabanki asaba kurayo madeni atari manini cane mu Burundi ugereranije n’ inyungu isabwa ku ngurane n’amabanki yo mu karere Uburundi burimwo. Dr Janvier Desire NKURUNZIZA yatanze icigwa kubijanye n’uruhara rw’amabanki mw’iterambere ry’igihugu,avuga ko amabanki afise uruhara ntangere kuko hari ibintu vyinshi bitokorwa amabanki atariho kuko ariyo arondera amafaranga atangwa nk’ingurane kandi amabanki atanga akazi umukozi wayo nawe agaca atanga ikori rija mu kigega ca Reta hamwe n’inyungu amabanki atanga ku mafaranga yabahawe umutahe kandi n’amafaranga atangwa mu ntumbero yo gushigikira ibikorwa vy’iterambere vy’igihugu. Kubijanye no kutaronsa ingurane igisata c’uburimyi,Dr Janvier Desire NKURUNZIZA avuga ati :“ Ico gisata gifise ibice 40 kw’ijana vy’ubutunzi bw’igihugu hagize akarusho kigafashwa  vyoboneka ko ubutunzi bw’igihugu buriko buratera imbere,gufata ico gisata  birafise akarusho ariko n’igisata kitoroshe kugurana gusa igikwiye nuko hoba amabanki yofata nka nkama ico kibazo akagitorera inyishu nyayo itumbera ico gisata mu kuraba ibishoboka.” Kugira igisata c’amabanki kigire intererano iboneka mu kunagura ubutunzi bw’igihugu,Dr Janvier Desire NKURUNZIZA asaba amabanki y’ubudandaji gushiraho ikigega co gushinga imitahe,ibanki nkuru y’igihugu nayo kugenzura neza ibikorwa vy’amabanki y’ubudandaji no gushigikira ikigega kigenewe kunagura no gushigikira abafise imigambi yo kwiteza imbere naho abajejwe intwaro akabasaba gushiraho urwego rwofasha gutorera inyishu ishobora kwibonekeza hagati y’ibanki n’umunywanyi hamwe no gufasha igikorwa co gushikana amashirahamwe yo kuziganya hamwe no kuguranana mu bice vyinshi bishoboka vyo hagati mu gihugu. Mwomenya ko iyo nama yatunganijwe mu ntumbero yo kurabira  hamwe no guhanahana ivyiyumviro intererano y’amabanki mu kunagura ubutunzi bw’igihugu yafashwe mu mugongo n’ibanki y’ubudandaji BANCOBU(Banque Commerciale du Burundi).
Umunyamabanga w’urwego rujejwe gutunganya imigambi mw’idini rya kisiramu ari mu rugendo mu Burundi
Umuhuza w’abaruni Edouard NDUWIMANA yakiriye kuruno wa kabiri igenekeezo rya 23 Ndamukiza umwaka wa 2019 umunyamabanga mukuru ajejwe urwego rw’idini rya kisiramu rujejwe gutunganya imigambi bimwe muvyo bavuganye akaba ari ibijanye nuko urwo rwego rugiye gufasha igihugu c’Uburundi mu bikorwa rwiyemeje. Umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA yasavye uwo munyamabanga w’urwo rwego gushira mu ngiro vuba imigambi biyemeje gufasha igihugu c’Uburundi nkuko babisezeranye igihe uwujejwe urwo rwego ku giti co hejuru yaheruka mu rugendo mu Burundi. Imwe mu migambi urwo rwego rwiyemeje kuzofasha n’ibijanye no  kubaka inzu z’abateshejwe izabo, gufasha kubaka kaminuza yo mu ntara ya Kayanza hamwe no kubaka  ikigo kizobamwo umusigiti kikabamwo ibitaro hamwe n’amashure.
Ikigo API kivuga ko hashinzwe amashirahamwe 1.501 mu gice ca gatatu c’umwaka wa 2018 ushira 2019
Umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe API (Agence des Promotions des Investisseurs) Leonard SENTORE amenyeshako amashirahamwe yashinzwe mu gice ca gatatu c’umwaka wa 2018 ushira umwaka wa 2019 angana 1.501 muriyo ibice 50 kw’ijana akaba arivy’amakoperative yongera atanga ubuzi 19127 aho ibice 76 kw’ijana arivyayo makoperative. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatanu igenekerezo rya 19 Ndamukiza 2019 ariko ashikiriza ivyaranguwe n’ico kigo murico gice ca gatatu,Leonard SENTORE yamenyesheje ko ibindi vyakozwe iruhande yo gushinga amashirahamwe, ari guhimiriza kugira abantu baje hamwe mu kwiyungunganya ,gutanga uturusho kubijanye n’itegeko rigenga gushinga imitahe. Uwo mukuru w’ikigo API avuga kandi ko ibindi vyakozwe ari uguhimiriza abashorera ibintu hanze kugira bongereze ubumenyi mu guhingura neza ibidandazwa vyabo hamwe no gutanga ubumenyi ku rwaruka kubijanye no kwiyungunganya. Leonard SENTORE avuga ko ugereranije n’igice ca mbere cuwo mwaka ubu habaye akarusho mu gushinga amashirahamwe gushika ku bice 120.7 kw’ijana mu gihe ivyo gutanga ubuzi navyo vyiyongeye gushika ku bice 289.4 kw’ijana,amakoperative nayo aduga gushika ku bice 61 kw’ijana.
Ikigo API cemeza ko iterambere rica mu gisata c’abikorera utwabo
Ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe API kimenyeshako iterambere ry’igihugu  mu vy’ubutunzi rica mu gisata c’abikorera utwabo kandi ko kazoza k’igihugu gahagaze ku rwaruka. Ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’ikigo API Léonard SENTORE mu ruganda rwatunganijwe rujanye no kwigisha urwaruka kubijanye no kwiyungunganya hamwe no kwironderera akazi mu ntumbero yo kwiteza imbere. Mu rurwo ruganda,Léonard SENTORE arongoye API yavuze ko izo nyigisho bariko baratanga ku rwaruka zifise akamaro kanini kuko zizofasha urwaruka rusanzwe rufise imigambi yo kwiyungunganya rumenya ibitari bike imbere yo gukoresha uburyo bwabo canke imbere yo kuja kubusaba mu mabanki atandukanye. Léonard SENTORE avuga ko izo nyigisho batanze zizofasha kugabanya ingorane y’ibura ry’akazi ku rwaruka rufise impamyabushobozi rusanzwe rushoboye kwishingira imigambi y’iterambere.
Martin NIVYABANDI avuga ko ubushikiranganji arongoye bwaranguye ibikorwa ku bice biri hejuru ya 90 kw’ijana mu mezi 3 ahaze
Ubushikiranganji bw’agateka ka zina,imibano n’iterambere ridakumira rivuga ivyo bwaranguye mu mezi atatu aheze y’umwaka wa 2019 ku rwego rw’ubushikiranganji bwabiranguye gushika ku bice biri hejuru ya 90 kw’ijana mu gihe ivyo baranguye ku rwego rw’igihugu navyo vyakozwe gushika ku bice 98 k’ijana. Ivyo vyashikirijwe kuruno wa mbere igenekerezo rya mbere Ndamukiza 2019 n’umushikiranganji w’agateka ka zina muntu ,imibano n’iterambere Martin NIVYABANDI aho yariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu mezi atatu aheze. Martin NIVYABANDI avuga ko naho ivyaranguwe ari vyinshi  intambanyi ntizabuze nk’ibijanye n’ibura ry’uburyo bwabonetse butevye butuma ibikorwa bitegekanijwe bitarangurwa neza nkuko vyari bitegekanijwe. Uwo mushikiranganji avuga kandi ko izindi ngorane bahuye nazo murico kiringo c’amezi 3 aheze ari ibijanye n’ivyegeranyo bitatanzwe ku gihe. Martin NIVYABANDI asaba umukozi wariwe wese w’ubwo bushikiranganji kwitanga muri rusangi kugira ibikorwa bizoranguke neza ndetse n’ibikorwa vy’umugambi w’imyaka 10 w’iterambere ry’igihugu uze ugende neza.
Martin NIVYABANDI :« Umukenyezi afise uruhara ntangere mw’iterambere ry’ikibondo »
Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu,imibano n’iterambere ridakumira Martin NIVYABANDI amenyeshako umukenyezi afise uruhara ntasubirizwa mu kurera ,gutanga indero hamwe no mw’iterambere ry’abana kuko kenshi aribo bama bari hafi yabo.
Ivyo yabishikirije mu nama yatunganijwe n’ubushikiranganji arongoye kuruyu wa kane igenekerezo rya 28 Ntwarante 2019 ijanye no guhanahana ivyiyumviro k’uruhara rw’umukenyezi mu nzira yo kugwanya ukutitaho abana. Martin NIVYABANDI yavuze ati :« Abakenyezi bafise uruhara ntangere mu kurera abana kuko umwana yigana imyifato y’umuvyeyi wiwe ariwe nyinarugo kandi ku mugabane wa Afrika abakenyezi nibo bama bari hafi y’ibibondo vyabo ugereranije n’abagabo. » Urwo ruganda rwatunganijwe kubijanye no kurabira hamwe uruhara rw’umukenyezi mw’iterambere ry’ikibondo rufise intumbero yo kugabanya uguhohotera abana  bishikira abana bashika imiriyoni 6 n’ibice 3 kugira gushika mu mwaka wa 2021 ukutitaho abana bizobe vyagabanutse.
Umushikiranganji Déo Guide RUREMA asaba kw’igiterwa c’ivoka cotezwa imbere
Umushikirangaji w’ibidukikije,uburimyi n’ubworozi Déo Guide RUREMA amenyeshako igisata c’igiterwa c’ivoka gikwiye gutezwa imbere kuko gifise akamaro kanini mu bijanye no gufungura neza ku banyagihugu hamwe no gukingira ibidukikije. Ivyo yabishikirije mu nama yahuje ubushikiranganji butandukanye kuruno wa kabiri igenekerezo rya 26 Ntwarante 2019 ijanye no kurabira hamwe uko hotezwa imbere uburimyi bujanye n’ibiterwa vy’ivyamwa. Buramatari w’intara ya Gitega Venant MANIRAMBONA yavuze ko abanyagihugu bamaze kwijukira uburimyi bujanye n’igiterwa c’ivoka kandi bamaze gushinga ikoperative gushika ubu ikaba imaze gutera ibiti bishika ibihumbi 2 vy’amavoka. Umushikiranganji Deo Guide RUREMA yavuze ko reta y’Uburundi iza yarahisemwo gushira imbere igiterwa c’ivoka kuko kiri mubifasha guteza imbere amagara y’abanyagihugu kubijanye no gufungura neza.
Frederic NAHIMANA : « Guhana amakuru biteza imbere imico,akaranga hamwe n’ubutunzi mu gihugu. »
Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru hamwe n’ibimenyeshamakuru Frederic NAHIMANA amenyeshako ugutanga  amakuru bifise uruhara runini mu guteza imbere imico,akaranga hamwe n’ubutunzi mu gihugu. Ivyo yabishikirije mu nama ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru hamwe n’ibimenyeshamakuru  bwatunganije kuruno  wa mbere igenekerezo rya 25 Ntwarante 2019 ijanye no kurabira hamwe aho ibikorwa bijanye n’ico gisata bigeze mw’iteramabere ry’igihugu. Umushikiranganji Frederic NAHIMANA avuga ko guhanahana amakuru ari igikoresho ntangere mw’iterambere ry’igihugu kandi ko ubuhinga bukoreshwa mu kumenyesha amakuru biri mu bishigikira umugambi w’igihugu wo mu mwaka wa 2018 ushira umwaka wa 2027.
Jean Claude KARERWA : « Ingoro y’umukuru w’igihugu iheruka gishikirizwa igiye kwinjirwa vuba. »
Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean Claude KARERWA avuga ko ingoro y’umukuru w’igihugu iheruka gushikirizwa n’ubuserukizi bw’igihugu c’Ubushinwa mu Burundi igiye kwinjirwa vuba ariko hazomanza kwisungwa imico n’imigenzo ijanye no kwinjira inzu. Mu kiganiro abavugizi b’inzego zose z’igihugu bahaye abamenyeshakuru kuruno wa gatanu igenekerezo rya 15 Ntwarante 2019, Jean Claude KARERWA yavuze ko ico kirimba c’umukuru w’igihugu hariho ibikorwa bimwe bimwe bimaze gutangura kurangurirwamwo ariko kuyinjira kumugaragaro bizotunganywa abantu batumirwe kandi iryo sango rizomenyeshwa. Jean Claude KARERWA avuga kandi ko kwinjira iyo ngoro bitazorindira ibikorwa vyo kwimura ibarabara inomero 1 bazoyinjira hama ibikorwa bijanye no gutunganya umutekano hamwe n’uruja n’uruza kuriryo barabara bitunganywe gushasha.
Umukuru w’igihugu arashima isemo igezweko yo guterera amatora
Umuvugizi w’umukuru  w’igihugu c’Uburundi Jean Claude KARERWA amenyeshako umukuru w’igihugu c’Uburundi  ashima isemo abarundi bagezeko rijanye no guterera amatora kandi asaba uwo wese abishoboye kubandanya aterera ayo matora ata gahato. Ivyo yabishikirije mw’ijambo yashikirije arungikanywe n’umukuru w’igihugu mu kiganiro abavugizi b’inzego z’igihugu bahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatanu igenekerezo rya 15 Ntwarante 2019 . Muriryo jambo,Jean Claude KARERWA yavuze ko umukuru w’igihugu ashima abantu bose bitanga kugira igihugu cose kirangwemwo umutekano kandi asaba abantu bose kubandanya bazirikana igihugu mu kugikunda hamwe no kugikundisha abandi. Mu gihe kw’igenekerezo rya 23 Ntwarante 2019 himirije urukino ruzohuza Intamba mu rugamba hamwe n’igihugu ca Gabon,Jean Claude KARERWA avuga ko umukuru w’igihugu atera intege abakinyi b’intamba mu rugamba kandi asaba abarundi bose kuzoshigikira umurwi nserukira gihugu w’Uburundi mu rurwo rukino rwimirije.
PARCEM ivuga ko umusi wahariwe umukenyezi ataru w’ibirori aruwo gusuzuma ingorane zihanze abakenyezi
Ishirahamwe ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro PARCEM rimenyeshako umusi mukuru mpuzamakungu wagenewe abagore ataruwo kugira ibirori gusa bijanye n’uwo musi ariko ari akaryo ko kuraba ingorane zihanze abakenyezi n’ingene zotorerwa umuti.
Mu kiganiro umukuru wa PARCEM yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatanu igenekerezo rya 8  Ntwarante 2019 aho hahimbazwa umusi mukuru wahariwe abakenyezi kw’isi,Faustin NDIKUMANA avuga ko habwirizwa kubaho indwi yahiriwe umukenyezi kugira habe ukurabira hamwe ingorane nyezina zihanze abakenyezi no kurabira hamwe uko zotorerwa inyishu. Faustin NDIKUMANA avuga kandi ko uwo musi uhimbajwe hakiri agahaze mw’itegeko rihana amabi afatiye ku gitsina kuko ayo mabi atagabanuka mu gihe iryo tegeko ririho kandi kw’itegeko ryo gutorana ryasubiye inyuma rikwiye gutomorwa neza kuko bituma abakenyezi birimizi bahura n’ingorane nyinshi. Umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe umukenyezi ku rwego rw’igihugu wahimbarijwe ku murwa mukuru wa poritike Gitega ku civugo kivuga giti “Umukenyezi ashirwe imbere mu migambi irashe yo gutegekanya kazoza.
Martin NIVYABANDI : “umusi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi n’akaryo ko kurimbura intambwe ishitsweko mu kumuteza imbere.” 
Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu ,imibano n’iterambere ridakumira Martin NIVYABANDI amenyeshako umusi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi ari akaryo ko kurimbura intambwe ishitsweko mu guteza imbere umukenyezi mu mibano,muri poritike hamwe no mu vy’ubutunzi. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wakane ariko ashikiriza ijambo rijanye nuwo musi,Martin NIVYABANDI yavuze ko uwo musi ariho ibihugu bifatira mu kwiha ihangiro ryo gushira mu ngiro amategeko,amasezerano hamwe n’imigambi ajanye no guteza imbere umukenyezi. Martin NIVYABANDI yavuze kandi ko uwo musi ushitse mu Burundi hamaze kuragurwa ibitari bike nk’ishirwaho ry’umurwi w’igihugu hamwe n’ikigega kijejwe gukingira no gutegekaniriza akazoza abanyagihugu hamwe n’ishirwa mu ngiro ry’umugambi Merankabandi. Umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe umukenyezi wama uhimbazwa kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante buri mwaka,mu gihugu c’Uburundi ukazohimbazwa ejo ku musi wa gatanu ku murwa mukuru wa poritike i Gitega ku civugo kivuga giti “Umukenyezi ashirwe imbere mu migambi irashe yo gutegekanya kazoza.”
Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yatanze intererano y’amatora ku ncuro ya kane
Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yatanze ku ncuro ya kane kuruno wa kabiri igenekerezo rya 5 Ntwarante 2019 intererano y’amafaranga angana imiriyoni 4 y’amafaranga y’amarundi agenewe amatora yo mu mwaka wa 2020 akaba yayatangiye muri banki nkuru y’igihugu BRB kw’ishami ryayo ryo mu ntara ya Ngozi. Inyuma yo gutanga iyo ntererano,umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yavuze ko intambwe igezweko kubijanye no guterera amatora yo mu mwaka wa 2020 ishimishije kuko mu kiringo kingana n’umwaka n’igice ibice bingana 70 kw’ijana vy’ibikenewe murayo matora bimaze kuboneka igisigaye ari kurondera ibice 30 gusa bisigaye. Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yanditse ku rubuga rwiwe rwa twitteur avuga ko kuriyo ncuro ya kane umuryango wiwe utereye amatora yo mu mwaka wa 2020,baboneyeho akaryo ko gushimira hamwe no gukeza abo bose bafashe nka nkama akamo ko gutsimbataza intahe yo kwikukira hamwe no gutsimbataza intwaro rusangi biciye mu kwitunganiriza amatora. Igikorwa kijanye n’umugambi wo guterera amatora cuguruwe icese n’umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA mu kwezi kwa Nyakanga mu mwaka wa 2017, ico gihe akaba yatanze amafaranga y’amarundi angana  imiriyoni zitanu, acahamagarira abarundi bose gutanga intererano yabo.
UNESCO isaba ko hatunganywa ibiganiro biteza imbere umukenyezi
Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe inyigisho hamwe n’imico kama UNESCO risaba abamenyeshamakuru gutunganya ibiganiro bidakumira mu mwuga wabo kugira bifashe guteza imbere umukenyezi mu kazi kiwe ka misi yose. Ivyo vyashikirije n’uwaserukiye UNESCO  mu nyigisho zo gukarihiriza ubwenge zatanzwe ku bamenyeshamakuru kuruno wa kabiri igenekerezo rya 5 Ntwarante 2019 zijanye no gutunganya ibiganiro bifasha guteza imbere umukenyezi. Uwo yaserukiye UNESCO murico gikorwa yavuze ko ico bipfuza aruko amaradiyo yaronkejwe izo nyigisho yoba ayo fatirwako akarorero mu gufasha gukuraho ivyiyumviro bijanye no gukumira abakenyezi mw’ibi canke biriya ariko akwiye kuzokwereka ayandi uko hotunganywa ibiganiro bidakumira. Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru hamwe n’ibimenyeshamakuru ,Frederic NAHIMANA yavuze ko reta y’Uburundi izokora ibishoboka kugira ishigikire ivyo vyose bizoba bijanye no gutunganya ibiganiro biteza imbere umukenyezi. Frederic NAHIMANA yasavye abatunganije izo nyigisho gukora ibishoboka kugira abamenyeshamakuru bariko baronswa izo nyigisho bazotahe bazi gutunganya ibiganiro bidakumira.
Domitien : « Umugambi w’iterambere w’igihugu wa 2018-2027 n’igikoresho co kwisungwa n’inzego zose. »
Umushikiranganji w’ikigega ca Reta Domitien NDIHOKUBWAYO amenyeshako umugambi w’iterambere w’igihugu wo mu mwaka wa 2018 gushika mu mwaka wa 2027 ari igikoresho co kwisungwa n’inzego zose z’igihugu,abasanzwe bafasha Uburundi eka n’ibindi bisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu. Ivyo yabishikirije kuruno wa mbere igenekerezo rya 4 Ntwarante 2019 aho yariko asigurira abashingamateka,abakenguzamateka hamwe n’abayobozi bakuru mu biro vy’umuhuza w’abarundi ibijanye n’uwo mugambi w’iterambere ry’igihugu. Mu gihe bitegekanywa ko uwo mugambi uzotwara amafaranga y’amarundi ashika imiriyaridi 20.364,Uwo mushikiranganji w’ikigega ca Reta avuga ko ayo mafaranga atazogorana kuronka kuko abarundi basanzwe bafise kamere ko kwitaho guteza imbere ibikorwa vy’iteramabere kandi basanzwe bamenyereye ibijanye no kurondeza uburyo. Domitien NDIHOKUBWAYO yasavye abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka kuja gusigurira ibijanye n’uwo mugambi abanyagihugu babatoye.
Ikigo OBR gisaba abajejwe intwaro gufasha mu gikorwa co gutoza ikori ku mazu apangishijwe
Umukuru w’ikigo kijejwe gutorokanya amakori n’amatagisi OBR, Audace NIYONZIMA asaba abajejwe intwaro mu gisagara ca Bujumbura gufasha guhimiriza mu gikorwa co gutoza amakori ku mazu hamwe n’inyubakwa zapangishijwe mu mwaka uheze wa 2018 kugira abatangakori bazokwitabe ico gikorwa igenekerezo ntabanduka rya nyuma ritaragera.
Mu nama ikigo OBR catunganije hamwe n’abajejwe intwaro mu gisagara ca Bujumbura kuruno wa mbere igenekerezo rya 25 Ruhuhuma umwaka wa 2018,Audace NIYONZIMA avuga ko  ayo makori atozwa ku mazu canke izindi nyubako zapangishijwe ari ngirakamaro kumunyagihugu kuko ibice 60 kw’ijana vyayo bija mu makomine ibindi bice 40 kw’ijana navyo bikaja mu kigega ca Reta. Audace NIYONZIMA avuga kandi ko abatangakori bafise ibirarane babwiriza kubiriha vyose iruhande y’ivyo haca hafatwa ibihano hisunzwe amategeko kandi ko igikwiye gukorwa mu ntumbero yo kugwanya ababesha aruko bazokorera ku ntonde z’umwaka uheze kugira barabe kw’amakori bamenyekanishije ariyo. Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA asaba abajejwe intwaro mu gisagara ca Bujumbura gufasha abakozi b’ikigo OBR kugira abantu bose bakwega amaguru bazobe barishe ikori ku kiringo categekanijwe. Haciye imyaka 2 igikorwa co gutoza ikori ku mazu hamwe n’inyubakwa zipangishijwe catanguye gikorwa n’ikigo OBR uyu mwaka hakaba hitezwe gutozwa amafaranga angana n’imiriyaridi 5.
Inama ihuza aberwa no kugwiza umwimbu mu gihugu yatunganijwe
Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta bwatunganije inama ihuza abantu begwa n’igisata co kugwiza umwimbu mu gihugu mu bayitavye hakaba harimwo abashikiranganji bakukira ibiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu.
Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE mw’ijambo ryo kugurura iyo nama yamenyesheje ko kubona iyo nama yitabwe na bamwe mu bagize reta y’igihugu vyerekana ko intumbero reta yihaye kubijanye no kugwiza umwimbu hamwe no gutunganya ibiharuro ku rwego rw’igihugu bizokwitabwaho bishirwe mu ngiro. Joseph BUTORE yavuze ko iyo nama yatunganijwe  ije kubera inyishu icipfuzo ca Reta kijanye no gufata ibiharuro bitororokanije nk’ikimenyetso cisungwa kugira hafatwe ingingo kubijanye no guteza imbere igihugu ku nzego zose. Muriyo nama umushikiranganji w’ikigega ca Reta Domitien NDIHOKUBWAYO yavuze ko mu gice ca mbere c’umwaka wa 2018 ushira umwaka wa 2019 ibikorwa bitandukanye ku rwego rw’uburongozi,mu bijanye no kwegeranya amakori n’amatagisi vyashitse ku bice 52 kw’ijana kandi ko amasezeranoyo gufashanya ashika 9 yateweko umukono.
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO yahaye umubonano abarwizatunga bava mu gihugu ca Sudani
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO yahaye umubonano kuruno wa kabiri igenekerezo rya 19 Ruhuhuma umwaka wa 2019,umurwi w’abarwizatunga bava mu gihugu ca Sudani bipfuza kuzana imitahe yabo mu Burundi. Abo barwizatunga bava mu gihugu ca Sudani bipfuza guteza imbere ibijanye n’urudandazwa ruciye mu kiyaga Tanganyika ,kuzana amabisi manini manini atwara abantu n’ibintu hamwe no gukorera ku bijanye n’ubutare. Abo barwizatunga bo mu gihugu ca Sudani bazorangura ivyo bikorwa vyabo vyo guteza imbere urudandazwa bisunze umugambi w’igihugu w’iterambere reta yashize imbere.
Abadandaza  bamenyesheje umwimbu wabo ku gihe baronkejwe udushimwe
Ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagisi mu Burundi OBR (Office Burundais des Recettes) catanze udushimwe ku murwi w’abatangakori batoyi bakarorero bamenyesheje umwimbu wabo ku gihe bongera batanga ikori ku gihe aho baronkejwe amapikipiki yo mu bwoko bwa Honda. Komiseri mukuru w’ikigo OBR Audace NIYONZIMA yamenyesheje ko ubwo bushime babutanze mu ntumbero yo gutera intege abo batangakori vyongere bibere akarorero abandi batangakori kuzoza baramenyesha umwibu w’ibidandazwa vyabo hamwe no gutanga ikori ku gihe. Audace NIYONZIMA yavuze ko mu gutunganya ico gikorwa bashatse kwerekana ko reta idashinzwe gusa no gutoza ikori ariko ashinzwe nuko umutangakori atera imbere kandi ko uwutanze ikori bidatuma asubira inyuma ariko atera imbere. Bamwe mu baronkejwe utwo dushimwe bavuga ko bashimiye cane ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagisi OBR hamwe n’abakozi baco kuko iyo ntambwe batari kuyishikako batafashijwe n’abakozi b’ico kigo. Igenekerezo ntarengwa ryo kumenyesha umwimbu hamwe no gutanga ikori ari 31 ukwezi kwa Ntwarante buri mwaka.
Umushikiranganji w’ubudandaji yahagaritse ingingo ya Brarudi
Umushikiranganji w’ubundandaji,amahinguriro hamwe n’ingenzi Jean Marie NIYOKINDI amenyeshako bahagaritse ingingo y’ihinguriro Brarudi ijanye ijanye no kuduza ibiciro vy’ibinyobwa bimwe bimwe bihingurwa naryo kuko batigeze bagishwa inama yavyo. Jean Marie NIYOKINDI avuga ko batangajwe n’iyo ngingo yafashwe yo kuduza ivyo biciro ry’ivyo binyobwa biciye ku materefone mu gihe ico gikorwa kiraba abanyagihugu bose mu gihugu c’Uburundi kandi ubushikiranganji arongoye bwategerezwa kugira ico buvuze kubera buri muvyo bujejwe. Uwo mushikiranganji avuga kandi ko bahagaritse iyo ngingo gushika habaye ukuvugana hagati y’iryo hinguriro hamwe n’ubushikiranganji atwara.  BRARUDI yari yadugije ibiciro vy’ibinyobwa bimwe bimwe nka  Nyongera,Amstel ndende,Amstel Bock hamwe n’ikinyobwa ca Royal iyo ngingo ikaba yari yafashwe kw’igenekerezo rya 28 Nzero 2019. Ikinyobwa ca NYONGERA cari casizwe ku mafaraga 1100 vy’amafaranga y’amarundi mu gihe cahora kigurwa amafaranga y’amarundi 1000 ,ikinyobwa ca Amstel benshi bita ndende gishirwa ku mafaranga y’amarundi 1900 mu gihe yahora kumafaranga 1800 . Ikinyobwa ca Amstel Bock cari cashizwe ku mafaranga y’amarundi 1300 mu gihe yagurwa 1200,ikinyobwa ca Amstel Royal cari casizwe ku mafaranga 2200 mu gihe yagurwa amafaranga y’amarundi 2000.

Nimwirambire Banyakubahwa.
BRARUDI yadugijwe ibiciro vy’ibinyobwa bimwe bimwe vyaryo
Ishirahamwe rijejwe guhingura ibinyobwa BRARUDI ryadugije ibiciro vy’ibinyobwa bimwe bimwe vyaryo murivyo hakaba harimwo ikinyobwa ca Nyongera,Amstel ndende,Amstel Bock hamwe n’ikinyobwa ca Royal. Ikinyobwa ca NYONGERA casizwe ku mafaraga 1100 vy’amafaranga y’amarundi mu gihe cahora kigurwa amafaranga y’amarundi 1000 ,ikinyobwa ca Amstel benshi bita ndende igiye kugurishwa amafaranga y’amarundi 1900 mu gihe yahora kumafaranga 1800 . Ikinyobwa ca Amstel Bock cahora kigurishwa amafaranga y’amarundi 1200 ubu igiye kugurishwa amafaranga y’amarundi 1300,ikinyobwa ca Amstel Royal cahora kigurishwa amafaranga y’amarundi 1200 ubu igiye kugurishwa amafaranga y’amarundi 2200. Ishirahamwe BRARUDI rivuga ko ibinyobwa bitavuzwe murivyo vyadugijwe igiciro biguma bigurwa amafranga vyahorako. Bitegekanijwe ko iyo ngingo y’ivyo binyobwa vyadugijwe igiciro itangura kuja mu ngiro kuruno musi wa kabiri kw’igenekerezo rya 29 Nzero umwaka wa 2019.
Ikigo API kivuga ko mu mwaka wa 2018 habaye akarusho kanini mu gushinga amashirahamwe
Ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe API(Agence des Promotions des Investisseurs) kimenyeshako mu mwaka wa 2018 habaye akarusho kubijanye no gushinga amashirahamwe kuko murico kiringo hashinzwe ayangana ibihumbi 3430 aho ategekanya gutanga ubuzi bungana ibihumbi 23902. Mu kiganiro umuyobozi mukuru w’ikigo API yahaye abamenyeshamakuru Leonard SENTORE yavuze ko akarusho k’amashirahamwe yashinzwe uyu mwaka wa 2018 kiyongereye ku bice 49,84 kw’ijana ugereranije n’umwaka wa 2017 ivyo bikaba vyatumwe n’uko habaye ishingwa ry’amakoperative menshi cane. Leonard SENTORE atwara ikigo API yavuze ko Uburundi bwaronse ikibanza ca 17 mu bijanye no gushinga imitahe ku bihugu 190 ku cegeranyo c’ibanki y’isi citwa (Rapport Doing Business) mu gihe mu mwaka wa 2018 cari caronse ikibanza ca 42. Uwo arongoye ikigo API avuga kandi ko ico kibanza Uburundi buheruka kuronka bugishira mu kibanza ca mbere mu bihugu vyo musi n’amajepfo ya Sahara hamwe no mu karere ka Afrika y’Ubuseruko. Kubijanye n’igituma Uburundi bwaronse ico kibanza ciza ariko kikaguma giharurwa mu bihugu bikenye cane, Leonard SENTORE avuga ati :« Kugira ikibanza ciza kubijanye no gushinga amashirahamwe ntibisigura ko ibibazo vyose bihanze igihugu bica bitorerwa umuti,kugira igihugu citwe ko giteye imbere hasabwa ibintu vyinshi,twebwe ico dukora nugufasha buri muntu guterera kugira igihugu cisununure. »
Bamwe mu badandaza bavuga ko ata baguzi baboneka kandi imisi mikuru yegereje
Bamwe mu bandandariza mu gisagara ca Bujumbura bamenyeshako murino misi hegereje imisi mikuru ya Noweri hamwe n’umwaka mushasha ata baguzi baboneka bagura ibintu bitandukanye mu ntumbero yo kwitegurira iyo misi mikuru ugereranije no mu myaka yahera. Gilbert NKUNDIMANA adandaza impunzu mu kibanza citwa « Village Market » yabwiye ikinyamakuru NAWE ko kuva k’umusi wa mbere gushika kuruyu wa kane igenekerezo rya 20 Kigarama 2018 ata bantu bakuze arabona bagura ibintu bitandukanye mu kwitegurira imisi mikuru yimirije ariko na bake baboneka bagura bike vy’abana. Gilbert NKUNDIMANA avuga ko mu myaka y’imbere ya 2015 himirije imisi mikuru nkiyo abantu bacanako mu kugura ibintu bitandukanye uruja n’uruza rukaba rwinshi ariko ubu kubera ubukene buriho ata murindi w’abantu uboneka. Gilbert NKUNDIMANA yavuze ati : « Imbere ya 2015 abantu baracanako bikerekana kw’imisi mikuru yegereje,ubu nta bantu bakuze bakigura ibintu ,ubu hari ubukene abantu bose bararira kuva ku musi wa mbere gushika uno musi nta mafaranga ndinziza ariko kera imisi nkiyi yegereje twarinziza gose. » Kubwa Esperance NIHORERO adandariza murico kibanza nyene yavuze ko kera mu myaka iheze mu misi mikuru ariho bahombokera bagaca amafaranga menshi ariko ubu ataco baronka.
Mairie : Ikena ry’igitoro riracibonekeza inyuma hafi y’ikiringo c’indwi zibiri
Inyuma hafi y’ikiringo c’indwi zibiri zibura hibonekeza ibura ry’igitoro mu gisagara ca Bujumbura, gushika kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 19 Kigarama 2018 haracibonekeza imirongo y’imiduga igitondeye hamwe n’ibindi bigo bitanga igitoro “Stations” vyibonekeza ko ata gitoro kiharangwa. Aho ikimenyeshamakuru NAWE cagiye kiraca casanze hamwe igitoro co mu bwoko bwa Essence kiriko kiratangwa ariko igitoro co mu bwoko bwa Mazout ataco. Kuri Station Interpetrol iri aho bita muri Asiatique, abahakorera bamenyesheje ikinyamakuru NAWE ko igitoro haba ica Esssence canke ca Mazout bakironse k’umusi wejo igenekerezo rya 18 Kigarama uyu mwaka ariko kubera abakirondera ari benshi kinyaruka guhera. Umukozi waho yavuze ati : “Igitoro twakironse k’umusi wejo ariko kubera kironderwa na benshi ntigiteba guhera,igitoro ca Mazout kubwaco kiza caheze. ” Kuri station Interpetrol iri aho bita kwa Kati Kati kw’ibarabara ryitiriwe irya Rumomge RN3, abakozi baho bari bicaye kuko ata gitoro na kimwe bafise haba Essence canke Mazout. Abo bakozi bo kuriyo Station bavuze ko igitoro baronse k’umusi wejo caciye gihera kuko abakirondera bari benshi.
OBR ivuga ko gusaba no gutanga urukaratasi rw’ibidandazwa biguzwe bikwiye kugirwa umugenzo
Umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe gutororokanya amakori n’amatagisi OBR ,Audace NIYONZIMA asaba abadandaza hamwe n’abaguzi kumenyera umugenzo wo gutanga hamwe no gusaba urukaratasi rwerekana ibidandazwa vyaguzwe hamwe n’igiciro cavyo « Facture » kuko uwutabikoze aba arenze itegeko ribitegekanya. Mu kiganiro umuyobozi mukuru wa OBR yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa mbere igenekerezi rya 19 Munyonyo 2018 kubijanye n’umusi mukuru wahariwe umutangakori,Audace NIYONZIMA yavuze ko umudandaza wese canke uwukora imirimo isa n’urudandazwa ategerezwa gutanga fagitire yemewe n’ikigo OBR igihe cose agurishije  kuko  bituma abadandaza boroherwa mu guharura ivyabo,canke igihe cose abakozi ba OBR baba bariko barabagendera mu kazi ka minsi yose. Audace NIYONZIMA avuga ko umusi wahariwe umutangakori ari akaryo ko gutera intege abatarabitahura kugira bakore bisunze amategeko hamwe n’amabwirizwa y’igihugu na cane cane gutanga amakori ata gahato. Uyo arongoye ikigo OBR avuga ko kuva batanguye guhimbaza umusi wahariwe umutangakori bimaze kugira akarusho kuko vyatumye amafaranga atozwa n’ico kigo yiyongera ata yandi makori arinzwe kubaho. Audace NIYONZIMA yavuze ati : « Akarusho tukabonera ku mafaranga yiyongera mu kuriha ,kubona abantu batanga ikori batahora baritange bitwereka ko bimaze kugira akarusho. » Umusi mukuru wahariwe umutangakori watanguye guhimbazwa mu mwaka wa 2016,uyu mwaka wa 2018 ukazohimbarizwa mu ntara ya Makamba  kw’igenekerezo rya 5 Kigarama ku  civugo kivuga giti : « Dutsimbataze umugenzo mwiza wo gutanga no gusaba fagitire. ». Bimwe mu bikorwa bitegekenajiwe kuruyo musi akaba ari ihayanishwa gurishwa ry’ibidandazwa rizomara iminsi 5,inganda zo kwigisha abanyagihugu,ibikorwa vyo kwigisha abatangakori n’abanyagihugu kubijanye no gutanga amakori ata gahato hamwe n’inama izohuza indongozi nkuru zo mu bisata vya Reta hamwe no mu bisata vy’abikorera ivyabo.
Urunani ASSUR ruvuga ko abitura amashirahamwe yarwo bari musi y’igice kimwe kw’ijana
Umukuru w’urunani rw’amashirahamwe y’ubwishingizi kubijanye no kuriha abashikiwe n’amasanganya ASSUR(Association des Assureurs du Burundi) ,Trinitas GIRUKWISHAKA amenyeshako ayo mashirahamwe atarashika kubiharuro bishimishije kuko abanyagihugu bamaze kuyitura mu gihugu bashika ibice biri musi ya 1 kw’ijana (0,75 ). Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma y’inama rukokoma ihuza abantu bose begwa n’ikibazo c’amashirahamwe ashumbusha mu gihe c‘amasangaya,Trinitas GIRUKWISHAKA yavuze ko ico bipfuza aruko hagire igikozwe kugira abantu bitura ayo mashirahamwe biyongera bifashe mu kugwiza umwimbu wayo. Trinitas GIRUKWISHAKA yavuze ko ico bagiye kugira amanama menshi na reta,abikorera utwabo hamwe n’abanywanyi babo biciye mu guhimiriza kugira bamenye akamaro ko kuja murayo mashihamwe. Trinitas GIRUKWISHAKA yavuze kandi ko ayo mashirahamwe afise akamaro kanini kuko atanga akazi ku bantu hamwe no guterera mu butunzi bw’igihugu biciye mu kuriha amatagisi n’amakori. Uyo arongoye urunani ASSUR yavuze ko ihangiro bihaye aruko bagiye gukora ibishoboka kugira bagwize umwimbu incuro 2 mu myaka itanu iri imbere. Kubijanye no kuriha abahuye n’isanganya kubijanye n’igisata c’imodoka,Trinitas GIRUKWISHAKA avuga ko ico gisata gifise ibibazo vyinshi kuko uburyo busohoka mu mashirahamwe kugira barihe abahuye n’impanuka basohora amafaranga menshi kugira barihwe. Uyo arongoye ASSUR avuga ko amasanganya yibonekeza ari menshi niyo hatagira igikozwe ari ingorane ikomeye kuko kiretse amafaranga menshi basohora mu kuriha abo bahuye n’izo mpanuka kenshi zihitana n’ubuzima bw’abanyagihugu. Umukuru w’umurwi yatunganije iyo nama rukokoma,Augustin SINDAYIGAYA avuga ko mu misi irimbere bagiye kwitaho gushimisha abanywanyi kugira babandanye bitura ayo mashirahamwe hamwe no gushikira abanywanyi benshi kugira bamenye uko bakora gutyo bayiture ku bwinshi. Umwe mu banywanyi bayo mashirahamwe yitavye iyo nama,Andre NDIKUMANA yavuze ko ayo mashirahamwe afasha cane kuko iyo umuntu abaye umunywanyi wayo amushigikira akamufasha bimwe biboneka mu gihe ahuye n’isanganya canke impanuka . Andre NDIKUMANA yavuze ati : « Murino nama twize vyinshi bizotuma ibisata turimwo bitera imbere mu gihe hariho abantu bayafata uko bishakiye. » Amashirahamwe y’ubwishingizi kubijanye no kuriha abashikiwe n’amasanganya canke impanuka ashika 13 ku rwego rw’igihugu akaba afise abakozi bashika 500 ,muruno mwaka wa 2018 akaba afise umwimbu ushika imiriyaridi 40 n’ibice 6.
Jean CIZA : « Abakorera mu gisata c’Uburimyi n’ubworozi bagiye kuronswa amadeni »
Umukuru w’ibanki nkuru y’igihugu BRB (Banque de République du Burundi) Jean CIZA amenyeshako bagiye gushiraho uburyo buzofasha kugwiza umwimbu biciye mu gisata c’uburimyi n’ubworozi kuko abakorera murico gisata bahora bataronswa amadeni n’amabanki. Mu ruganda ibanki nkuru y’igihugu yatunganije kuruno wa kane igenekerezo rya 8 Munyonyo 2018,Jean CIZA yavuze ko ibanki nkuru y’igihugu igiye gushiraho uburyo bwo kuronsa amabanki atandukanye hamwe n’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana kugira nayo azoshikirize ubwo buryo abantu bakeneye amadeni basanzwe bafise imigambi itanduka ye mu bijanye n’uburimyi n’ubworozi. Jean CIZA yavuze ati : « Tugiye gufasha abantu bahora batinya gufata amadeni kandi wasanga bafise imigambi y’iterambere abo nabo tugiye gufasha kugira baterere mu guteza imbere igihugu. » Uyo mukuru w’ibanki nkuru y ’igihugu yavuze kandi ko abahora bafise impungenge ko abari mu burimyi n’ubworozi badashobora gufata ideni kubera badafise ababashigikira mu buryo,ko bagiye gukorana n’amabanki kugira bafashe gushigikira abakorera murivyo bisata mu ntumbero yo kunagura ubutunzi bw’igihugu biciye mu burimyi n’ubworozi.
Arsene Mugenzi : “Isoko y’imitahe izofasha abakeneye imitahe guhura imbonankubone n’ abanyamitahe.”
Arsene MUGENZI akora mu gisata kijejwe isoko y’abanyamitahe amenyeshako umugambi wo gushiraho isoko y’imitahe bizofasha kugira abakeneye imitahe n’ abanyamitahe bahure ata muntu barinze gucako. Ivyo yabishikirije mu ruganda ibanki nkuru y’igihugu BRB yatunganije kubamenyehamakuru kuruno wa mbere igenekerezo rya 5 Munyonyo 2018 mu ntumbero yo kubakahiriza ubwenge mu bijanye n’umugambi w’ishirwaho ry’isoko ry’imitahe. Arsene MUGENZI avuga ko mu gihe hari isoko y’abanyamitahe abakeneye umutahe barerekana imigambi yabo gutyo bigafasha abanyamitahe kwemerera uyu canke uriya aba awushaka. Kubijanye nuko ishirwaho ry’imitahe rizotuma amabanki y’ubudandaji azimangana ku rubuga,Arsene MUGENZI yavuze ko amabanke aguma afise uruhara ntangere kuko ariyo ahuza. Arsene MUGENZI yavuze ati : “Iyo soko y’imitahe ntizotuma amabanki azimangana ahubwo izoza kwongereza ibidandazwa gutyo bigafasha amabanki kuronka vyinshi vyo gukora.” Kubijanye n’amategeko agenga isoko y’imitahe,Arsene MUGENZI avuga ko iruhande y’itegeko rigenga uko hatorerwa umuti w’ibibazo bijanye n’iyo soko hariho itegeko ririgenga ubu riri mu nama nkenguzamateka rizofasha gukingira abanyamatahe.
BRB yahagaritse ingingo yabuza gusaba kugurura amashirahamwe adandaza amafaranga y’agaciro
Ibanki nkuru ya repuburika y’Uburundi BRB imenyeshako abipfuza kwuguruza amashirahamwe agura akongera akagurisha amafaranga y’agaciro bahawe uburenganzira bwo kubisaba. Mw’itangazo umukuru w’ibanki nkuru y’igihugu BRB yasohoye kw’igenekerezo rya 29 Gitugutu umwaka wa 2018,Jean CIZA avuga ko ingingo yo guhagarika gutanga impusha ku mashirahamwe mashasha agura akongera akagurisha amafaranga y’agaciro ivuyeho ku bagwizatunga kugurura ayo mashirahamwe ku mbibe z’igihugu. Ibanki nkuru ya repuburika y’Uburundi BRB imenyeshako abipfuza kwuguruza amashirahamwe agura akongera akagurisha amafaranga y’agaciro bahawe uburenganzira bwo kubisaba. Mw’itangazo umukuru w’ibanki nkuru y’igihugu BRB yasohoye kw’igenekerezo rya 29 Gitugutu umwaka wa 2018,Jean CIZA avuga ko ingingo yo guhagarika gutanga impusha ku mashirahamwe mashasha agura akongera akagurisha amafaranga y’agaciro ivuyeho ku bagwizatunga kugurura ayo mashirahamwe ku mbibe z’igihugu.
Econet leo yatanguje ubuhinga bushasha « Econet Connected Car » bufasha gukwirikirana imodoka aho igeze
Ishirahamwe ryo gutumatumanako Econet Leo ryatanguje kumugaragaro, kur-uno wa gatatu igenekerezo rya 31 Gitugutu 2018, ubuhinga bushasha biciye mu buhinga bwa none « Econet Connected Car » bufasha gukwirikirana imiduga aho igeze umwanya ku mwanya hamwe no kumenya uko umuduga uriko uratwarwa nuko umushoferi ariko yigenza. Mw’ijambo ryiwe ryo kugurura kumugaragaro ubwo buhinga bushasha bwo gukwirikirana imiduga aho igeze aribwo Econet Connected Car, umuyobozi mukuru w’isharahamwe Econet Leo Nepias NJARAVAZA yamenyesheje ko ivyo babikoze kuko biri mu ntumbero bihaye mu bijanye no gutumatumanako hamwe no guhanahana amakuru biciye mu buhinga bwa none, intumbero yo kwama izana ubuhinga bushasha kandi bugezweho ku banywanyi bayo n-abarundi bose. Umushingantahe Nepias NJARAVAZA yavuze ko ubwo buryo bwo gukwirikirana imiduga ku mwanya ku mwanya bufasha kugira amakuru y’imodoka ajanye n-aho igeze, uko iriko iragenda, n-ayandi amenyekana kuri mweneyo canke kubayijejwe. Nepias NJARAVAZA yavuze ati :« Ukoresheje ubwo buhinga uzoshobora kumenya umwanya ku mwanya umuduga aho ugeze naho uriko uraca eka n’abashoferi bahindura inzira bagaca aho mutababwiye vyose muzoca mubibona. » Uwo muyobozi mukuru w’ishirahamwe Econet Leo yavuze ko uwokoresheje ubwo buhinga izo ngorane zose zahora zihaba zizoca ziba kahise, akazi gaheze kagende neza, umwimbu wiyongere. Celestin BUKENE ajejwe imigenderanire mw’ishirahamwe Econet Leo avuga ko abadakoresha ubwo buhinga bahahombera kuko ubwo buhinga bwerekana aho umuduga waciye ,aho wahagaze ingene igitoro kiriko kirakoreshwa kandi n’ubusuma buvurwa mu bantu batwara imiduga n’ububeshi bakunda gukoresha ngo yaciye ngaha kandi Atari vyo, bituma ivyo vyose ishirahamwe ritariko rirabukoresha rihahombera vyinshi ugereranije n’ishirahamwe ririko ryijukiye ubwo buhinga bugezweho. Celestin BUKENE avuga ko kubona bashize ahabona ubwo buhinga bushasha biteze ko amashirahamwe menshi azobitaba akabukoresha ku neza yabo kuko bizotuma bagabanya amafaranga ahora asesagurika, bakongereza umwimbu. Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Volcano rimaze gukoresha ubwo buryo bwo gukwirikirana imodoka aho igeze,Abdoul MUGISHA avuga ko ubwo buhinga ari bwiza kuko bubafasha kumenya umwanya ku mwanya imodoka zabo aho zigeze nuko ziriko ziratwazwa canke kumenya igihe igize ikibazo kandi vyatumye amasanganya yahora aba agabanuka. Abadoul MUGISHA atera akamo abandi na cane cane ayandi mashirahamwe gukoresha ubwo buhinga bushasha mu ntumbero yo kumenya imodoka zabo aho zigeze nuko zimerewe. Ubuhinga bwo gukwirikirana imodoka « Econet Connected Car » uko bukora imodoka ija aho bayitegurira « garage » bakayishiramwo akuma k-ubuhinga bwa none gafasha gutanga amakuru y-aho imodoka igeze, ingene iriko iragenda, ingene iriko iragendeshwa, igitoro ifise, ko ihagaze canke iriko iragenda, n’ibindi vyose nwene imiduga canke uwujejwe gukwirikirana imiduga mw’ishirahamwe aba akeneye kumenya. Ibisabwa kugira uronswe ubwo buhinga bwo gukwirikirana imodoka bisaba kuba ufise umuhora w’ishirahamwe Econet Leo, kwiyandikisha muri ubwo buhinga bushasha hama bagaca bagushiriramwo ako kuma mu modoka yawe, bakagafatanya n-I mashine yanyu.
Mu kugira muronswe ubwo buhinga bushasha, mwegera Ibiro bikuru vya Econet leo kuri Boulevard de l’Uprona, Immeuble Econet leo, 281 A canke muhamagare kuri 72.222.193.
Burundi : Ibere ryayaze hagati ya Ndakugarika atwara iperereza na Godefroid Bizimana
Amakuru dukura muntara ya Cibitoke atumenyesha ko hari ukurumvikana mubihangange vyo kugwego rw’aba jenero Godefroid Bizimana na Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika aho haheruka gufatwa abantu babiri boba baguye mumporero. Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika asanzwe ari umukuru w’iperereza yoba yatanze itegeko ryo gufata Uwimana Denis murumuna wa Godefroid Bizimana hamwe n’umushoferi yitwa Nsabimana batazira Mukambwe, yatwara ifuso uwo Godefroid Bizimana asangiye n’uwundi tutashoboye kumenya. Ayo makuru akavugako abo uko ari babiri boba bari muminwe y’iperereza ahantu hataramenyekana.  Mugihe Godefroid Bizimana umukozi akomeye wo mubiro vy’umukuru w ‘igihugu hamwe na Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika bahoze basenyera ku mugozi umwe muguhohotera abiyamirije ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kuva 2015, amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi amenyeshako ubu umuriro waka hagati y’ivyo bihangange bibiri. Godfroid Bizimana akaba yaravuzwe canke mubwicanyi bwakurikiye itembagazwa ry’ubutegetsi ryapfuvye kuwa 13 rusama 2015 ndetse akaba yari no kurutonde rw’abantu bane Reta zunze ubumwe za Amerika zari zarafatiye ibihano mumpera za 2015 vyo kudahonyozayo ikirenge nabo bakaba bari  Alain Gullaume Bunyoni, yari umushikiranganji w’umutekano, uwo Godfroid Bizimana yari icegera c’umukuru w’igipolisi, Godefroid Niyombare yahoze atwara iperereza n’uwahoze ari umushikiranganji wo kwivuna abansi Cyrille Ndayirukiye. Abo babiri banyuma umwe akaba yarahunze uwundi apfunzwe.  Tubamenyesheko ivyo bihangange muri reta, bose bava muntara ya Cibitoke aho Ndakugarika avuka muri komine Bukinanyana Godefroid nawe akaba avuka kumugwa mukuru wa komine Mabayi kandi ko hoba hari icuka kibi hagati y’ibihangange mugisoda n’igipolisi  bivuye kugwanira ibiti muri reta yimirije gushingwa mukwezi kwa Myandagaro 2020 aho Gen Mjr Evariste Ndayishimiye azokwinjirira mumabanga y’umukuru w’igihugu, ishavu bafitaniye rikaba ryoba ariryo riserukira mur’uko gucumvya ibikorwa vy’umwe muribo.
Burundi : Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje intsinzi ya Gen Mjr Évariste Ndayishimiye.
Kur’uyu wa 04 ruhenshi 2020 sentare yubahiriza ibwirizwanshingiro yamenyeshejeko umugambwe CNDDFDD ariwo watsinze amatora y’umukuru w’igihugu n’ay’abashingamateka yo kuwa 20 rusama 2020 Mugihe kw’igenekerezo rya 25 rusama 2020 umugwi ujejwe gutunganya amatora CENI wari washikirije ivyavuye mumatora y’umukuru w’igihugu n’ayabashingamateka yabereye rimwe kuwa 20 rusama 2020 munyuma umukuru wawo Petero Claver Kazihise akamenyeshako ibiharuro vyashizwe ahabona bitariryo ko bitaribwatosorwe, kur’uyu wa 4 ruhenshi sentare yubahiriza ibwirizwanshingiro yemeje ivyo CENI yayishikirije.  Kubijanye n’amatora y’umukuru w’igihugu, Gen Mjr Évariste Ndayishimiye yaserukiye umugambwe CNDDFDD niwe yatangajwe ko yatsinze amatora kumajwi 68% akurikirwa na Agathon Rwasa yaserukiye umugambwe CNL yaronse 24,42% hanyuma Sindimwo Gaston yaserukiye umugambwe UPRONA aronka amajwi 2,46%.  Mumatora y’abashingamateka, umugambwe CNDDFDD warose amajwi 68,70%, CNL 22,42% UPRONA nayo 3,43% ibibanza bica bigaburwa uku gukurikira:  Umugambwe CNDDFDD munama nshingamateka uhabwa intebe 86, umugambwe CNL uhabwa intebe 32, umugambwe UPRONA uronswa intebe 2 hanyuma ubwoko bw’abatwa buronka intebe 3. Mur’izo ntebe z’abashingamateka hari ivyo sentare yubahiriza ibwirizwanshingiro yakosoye nko kurenganura umupfasoni Cathy Kezimana yatanzwe n’umugambwe CNL yari yakuwe k’urutonde rw’abatowe inyuma yo gupfungwa azira ivyo yari yashikirije muri komine Mugongo Manga munyuka akarekurwa hamwe, Zena Ndayishimiye nawenyene yari yakuwe kurutonde bose bo mu ntara ya Bujumbura Rural na Pelate Niyonkuru yari yatowe muntara ya Kayanza.  Tubamenyesheko Gen Mjr Évariste Ndayishimiye azoca arahira kw’igenekerezo rya 20 myandagaro 2020 akazoba afise ikiringo c’imyaka indwi hanyuma abashingamateka bakazoba bafise ikiringo c’imyaka itanu. Kandi ko umushingamateka Agathon Rwasa yari yamenyeshejeko sentare yubahiriza ibwirizwanshingiro iramutse itemeje instinzi ya CNL nk’uko uwo mugambwe wari wituye iyo sentare umenyesha ko ariwo watsinze, azoca yitura sentare yo mukarere ka afrika y’ubuseruko aho amenyeshako amatora azoba  yaribwe ariko atariwe azoba yibwe ko ari abanyagihugu batoye CNL bazoba bibwe.
Burundi: Abashingamateka batowe kuwa 20 rusama 2020
Kw’igenekerezo rya 25 rusama 2020, umugwi w’igihugu ujejwe amatora CENI warashikirije ibiharuro mfatakibaza vyavuye mumatora y’abashingamateka yabaye kuwa 20 rusama 2020.  Umugwi CENI washikirije igitigiri c’abashingamateka 100 batowe; umugambwe CNDDFDD ukaba waronsemwo intebe 72, CNL 27 hamwe na UPRONA 1. Uwo mugwi ukaba waciye wongerako abatwa 3 hamwe n’abatutsi 21(abagabo 6 n’abagore 15) kugira ubwoko bwose buserukirwe. Igitigiri kikazoca kiba 124
Burundi: Umugwi CENI washikirije ivyavuye mumatora.
I Bujumbura kuri Hotel Club du Lac Tanganyika kuri uyu wambere igenekerezo rya 25 rusama 2020, umugwi wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI washikirije ibiharuro mfatakibanza vy’amajwi yavuye mumatora y’umukuru w’igihugu be n’ay’abashingamateka yabaye kw’igenekerezo rya 20 rusama 2020. Umugwi wigenga w’igihugu uraba amatora CENI urongowe na Pierre-Claver Kazihise, umenyeshako mu matora y’umukuru w’igihugu uwitoje mumugambwe CNDDFDD uri kubutegetsi, Évariste Ndayishimiye ariwe yatahukanye intsinzi kumajwi 68,72, uwakabiri aba Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL n’amajwi 24,19% uwagatatu aba Gaston Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA n’amajwi 1,64%, uwakane aba Domitien Ndayizeye yahoze ari umukuru w’igihugu akaba yaserukiye urunani Kira Burundi n’amajwi 0,55%, uwagatanu aba Léonce Ngendakumana yaserukiye umugambwe FRODEBU n’amajwi 0,47%, uwagatandatu aba uwigenga Dieudonné Nahimana yaronse amajwi 0,42% hahereza uwigenga Francis Rohero yaronse amajwi 0,20%.  Kuvyerekeye amatora y’abashingamateka umugwi CENI umenyeshako umugambwe CNDDFDD ariwo waronse abashingamateka benshi ni kuvuga 72, umugambwe CNL 27 ubwanyuma umugambwe UPRONA waronse umushingamateka 1.  Umugambwe CNDDFDD watahukanye intsinzi ukaba utatevye gushimira imugwi CENI watunganije amatora hamwe n’abanyagihugu batoye. Umugambwe CNL urongowe na Agathon Rwasa ukaba wari waraye usohoye itangazo aho wamenyeshejeko abanywanyi bawo 3 bishwe, abarenga cumi baranyuruzwa baburwa irengero abarenga 300 bakaba barapfunzwe aho 200 bapfunzwe kumunsi w’amatora harimwo abariko bahagarika amatora kur’uwo wa 20 rusama 2020. Uwo mugambwe ugasaba irekurwa ry’abanywanyi bawo agagisabwe. Ukibona ivyavuye mumatora ukaba waciye uvyiyamiriza aho wavuzeko amajwi umugwi CENI wasomye ari irementanya ko atizewe baravye ukuntu amatora yatunganijwe agakorwamwo.  #Burundi Les résultats proclamés par la @CeniBurundi ne sont pas crédibles  à voir les condit° ds lesquelles les élect° se sont déroulées.Ils sont préfabriqués & issus d'1 fraude massive.Ds les prov/communes où le #CNL a pu avoir les PV, les résultats donnent victoire au CNL. Imigambwa nka UPRONA na SAHWANYA FRODEBU ukaba yamaze gukeza Évariste Ndayishimiye yatowe nk’umukuru w’igihugu. Amajwi ntabanduka akazosomwa muntango z’ukwezi kwa ruhenshi 2020, uwo azoba umukuru w’igihugu akazorahira kw’igenekerezo rya 20 myandagaro 2020.
Burundi : Abazokwitoza mubakenguzamateka basabwe gutanga amadosiye muri CENI, harimwo ibidasanzwe .
Kuri uyu wa 24/5/2020 umugwi ujejwe gutunganya amatora CENI wasohoye itangazo usaba abashaka kwitoza mubibanza vy’abakenguzamateka baba abari mu migambwe canke abatari mu migambwe gutanga amadosiye yabo kuva kw’igenekerezo rya 27 rusama 2020 gushika kw’igenekerezo rya 10 ruhenshi 2020. Muvyo basabwa kiretseko hari bamwe bikuramwo hari n’ibindi bishobora kuba bitabaho.  Guhera kuri N°3 yiryo tangazo, uwo mugwi CENI usaba urupapuro rw’amavuka gwitwa extrait d’acte de naissance, urwo narwo rugakuramwo abarenza imyaka mirongo une(40ans) bivanye n’uko imbere ya 1980 urupapuro rw’amavuka rwatangwa na reta rwitwa attestation de naissance.  Kuri N°7, abazokwitoza basabwa kuzotanga urupapuro rwerekana ko umuntu adakurikiranwa n’ubutungane(Extrait du casier judiciaire) urwo rugashobora kubuza abari mumugambwe CNL bivanye n’uko havugwako abenshi bagiye barafatwa bagapfungwa mur’iyi minsi y’imyiyamamazo n’imbere yaho bagirizwa ivyaha bishobora kubabuza kwitoza hakongerako umwanya basavyemwo gutanga amadosiye arimuto kuburyo abari hagati mu gihugu bitazokworoha gushika aho barutangira  narirya mur’iyo misi harimwo iy’akaruhuko.  Ico c’umwanya kigafatana n’ibisabwa muri N°8 aho mumwanya muto abitoza basabwa gutanga impapuro zerekana uko amagara yabo yifashe kandk abantu ari benshi navyo bishobora kuba intambamyi.  Urupapuro rusabwa kuri N°9 rwerekana ko uwo bubakanye n’uwo yitoza ari  imvukira yaho yitoreza mugihe ari umugore rukaba rwoba ruvangura abitoza bifatiye kuntara, kubitsina ndetse n’uko umuntu abantu babayeho. Mugihe umuntu atanze urupapuro rusabwa kuri N°6 rwerekana aho aba, akaba ari umurundi, vyoba bihagije iyo abanyagihugu bamwizeye bakamutora. Abapfasoni bibana, inkumi, abagabo baba muntara zivukamwo abagore babo co kimwe n’abahukanye bikabonekako batarimwo.   Urupapuro rwerekana ko umuntu ari imvukira kiretse ko rutari bwabeho mu Burundi mumpapuro zitangwa na reta co kimwe n‘urupapuro rusabwa kuri N°11 rwemezako uwitoza yiyemeza kwubahiriza ibwirizwa nshingiro hamwe n’amasezerano y’ubumwe bw’abarundi, mu mategeko y’uburundi bisanzwe bizwiko yaba umurundi canke umunyamahanga bose bategerezwa kugengwa n’amategeko, bikagwa neza mukinyamazuru ngo :”Nul n’est sensé ignorer la loi= Ntamuntu numwe atamenya amategeko”.  Urupapuro rusabwa abigenga kuri N°12 rusabwa bamwe mugihe CENI itashizemwo ko uwitoza atanga ikarata y’umugambwe n’abigenga ntiborusabwe bivanyeko kuba mumugambwe bidasaba amasezerano ntabanduka, umuntu uko ashobora kwinjira mumugambwe umusi umwe niko kuwundi munsi awuvamwo atanyandiko zibanje gusinywa urwo narwo rugashobora kuba rushaka kubuza abatibonye kuntonde mumigambwe bavyipfuza kwitoza kugiti cabo nk’uko amategeko abibemerera.  Urupapuro rusambwa kuri N°13 rwerekana ko uwitoza arihira muri banki nkuru ingwati y’ibihumbi amajana ane (400000FBu) ntirwerekana inimero ya konte arihirako bikaba vyojuragiza abitoza ndetse  rukaba rurimwo akantu ngo “intara yose yitozamwo” kumvikanako kugururira abitoza muntara zirenga imwe kandi bitoba arivyo.  Mukugira umugambwe uri kubutegetsi uzunguruke ivyo ikinyamakuru Itara Burundi cashize ahabona ko wagize intonde z’abitoza mubahanuzi b’amakomine bava mubwoko bumwe n’abanditse ubwoko bw’abatutsi nabo ari abahutu, woba waciye usaba CENI guhinyanyura mumatora akurikira, uyo mugwi wasavye abanyamigambwe n’inani z’imigambwe mugace kanditseko Menya Neza; gutanga intonde zibiri zibiri z’abitoza kuntara kuntaza ni ukuga urw’abahutu n’urw’abatutsi.   Mw’itegeko N°1/11 ryo kuwa 20 rusama 2019 rigenga amatora ryashizweko umukono w’umukuru w’igihugo Petero Nkurunziza mungingo yaryo ya 142 rivugako umugambwe utanga uwitoza n’abomusubirira gusa.  Ikindi gishobora kuba giteye amakenga ni impapuro zitataye  umugwi CENI usaba kandi utavuze amatarike yofatirwako kugira urupapuro rufatweko rutataye igihe.  Tubibutseko amatora y’abakenguzamateka ategekanijwe kuba kw’igenekerezo rya 20 mukakaro 2020 aho bazotorwa n’abahanuzi b’amakomine.
Burundi: Ishengero rya pentecôte rirageramiwe.
Urugo rwa Onesphone Rukwiririkanya, umwungere wa kabiri w’ishengero rya pentecote i Bujumbura ruri mu Gatunguru rwaratewe grenade yonona imodoka n’inzu mw’ijoro ryakeye 22 rusama 2020.  #Burundi: 7 fidèles de l'église de pentecôte #EPBU de #Nyanza_Lac en province #Makamba ont été arrêtés hier 31/01/2019 pour avoir dénoncé des malverisations des biens de l'église.  Le pasteur Kidebuye Jonathan, investi par le #Mininter serait à l'origine de cette interpellation. Inyuma y’aho umugambwe CNDDFDD ushikiriye ishengero rya pentecôte y’i Nyanza-Lac mu mpera za 2018, rigashikirizwa umuhisi Pasteur Kidebuye Jonathan, akaza arapfungisha abatamushigikiye no mw’ishengero rya pentecôte i Bujumbura hari abashatse kubikora nk’uko ariko hoho ntivyakunda.  Muyuma umwungere w’ishengero rya Pentecôte mu Burundi, EPBU, Vyimana Eliezer yaratewe ubwoba aho yakorera mu Kirundo arahunga cokimwe na Niyungeko Samweli yaritwara i Bujumbura nawe yahunze inyuma y’igitero ca grenade yatewe kurugo iwe yonona imodoka nk’uko vyaraye bigenze kwa Pasteur Onesphone mu Gatunguru kw’igenekerezo rya 22 rusama 2020.  Ntivyatevye ishirahamwe ry’amashengero ya pentekoti mu Burundi, EPBU ryaciye rifutwa, amashengero ya pentecote asubira gutwarirwa mur’unani rw’amashengero ya pentekote yo mu Burundi, CEPBU, bikavugwako umugambwe CNDDFDD wabigizemwo uruhara kugira uryigarurire nk’uko woba wabigize no muhandi mashenhero hanyuma “Igicaniro”, urusengero rw’umugambwe ruri i Gitega ruzoronke abarusengeramwo.  Tubamenyesheko Petero Nkurikiye avugira igipolisi yamaze kumenyeshako ico gitero caraye kibereye mu gatunguru kurugo rwa Rukwiririkanya Onesphone cavuye kundanye ziri mur’ivyo shengero.
#Burundi: Ico umugwi CENI udashakako abantu bamenya.
Philippe Nzobonariba avugira umugwi wigenga ujejwe gutunganya amatora aheruka kwigisha akoresheje amasanamu uko abantu bazotora kw’igenekerezo rya 20/5/2020 ariko hari ibintu atigera avuga.  Mugihe abantu bazobatora biyongereye tugereranije no mumatora yabaye mu yindi myaka kandi hazobera rimwe amatora atatu: Hari ababonako umwanya wo gutora ushobora kuzoba muremure kw’igenekerezo rya 20/5/2020 kurusha ayandi matora yabaye mu yindi myaka.  Umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye nawe aherutse kugabisha abazoshaka guteka “akajagari” mugihe umukuru w’umugambwe CNL utavuga rumwe na reta wewe abwira abanywanyi biwe ko bafise uburenganzira bwo gukurikirana amatora gushika bahejeje guharura amajwi.  Ingingo iri mw’itegeko rigenga amatora ya 2020 abajejwe CENI batigera babwira abazotora n’uko muguharura amajwi ubu bemerewe kwikorera amasandugu batoreyemwo bakayajana guharirira amajwi ahandi bipfuza kandi babona umutekano.  Kuronka icitwazo co kwuguruza amasandugu bikazoshobora kworoha narirya ibiro vy’amatora bitari bike vyashizwe ahatagira amatara, abajejwe gucungera amatora bagashobora kwimura amasandugu batoreyemwo ahari amatara. Ivyo bigashobora kuzoca bifasha umugambwe CNDDFDD kwiba amajwi  narirya umugambwe CNL widogako utaronkejwe abazocungera amatora bakwiye ndetse ukaba uza warandikiye CENI witwara.
Burundi : Ubanze ufate imbavu imbere yo gusoma uko imbonerakure ziriko ziba amatora.
Kubiro bijejwe gutanga amakarata y’amatora biri muri komine n’intara ya Cankuzo, imbonerakure y’umugabwe CNDDFDD ejo kw’igenekerezo rya 11 rusama 2020 yaratwengeje abakozi bariko batanga amakarata y’amatora ya 2020 barengewe n’ubujuju yakiresheje.  Mu gihe abakozi ba CECI bivugwako atangingo nimwe yerekeye kubuza umugambwe CNDDFDD kwiba amatora bemerewe gufata aho bivugwako amategeko ava hejuru mu baba twara n’uko abenshi baba bari ku mugambwe uri ku butegetsi, haraje imbonerakure ifise uburangamuntu butatu ku mazina atandukanye biraheza bigenda uku gukurikira:  Ivyo bikaba bivugwa no muzindi ntara aho abanywanyi b’umugambwe CNDDFDD biyandikishije kumazina atandukanye iyo bavuka be n’iyo bakorera bakongera bagatora amakarata y’abatariho bari bakazoyakoresha mu gutora kenshi kw’igenekerezo rya 20/5/2020 bitwajeko bariko batorera ababatumye bari hanze.  Kur’ico c’abarundi bari hanze twobamamenyesha ko hari abashingamateka bo mugihigu c’ububiligi babiri bandikiye reta y’uburundi bayisaba gufuta ingingo ibuza abari hanze gutora ngo ni kubera ikiza ca COVID19. Bavugako ari kubima uburenganzira bwabo kandi ingingo zikwiye zokugwanya ico kiza zafashwe hirya no hino kwisi bitobuzako abarundi bari hanze biyandikishije batora. Mwibukeko twababwiyeko abari muri CNDDFDD bari hanze bobo bemerewe kurungika uburenganzira bwo gutorerwa(procurations) ariko bidaciye mu nyandiko zizwi.  Twobamenyeshako ivyo bintu abatari bake babona ko ari ubusuma bw’amatora buriko bukorwa na CNDDFDD biriko biraba mu gihe kw’igenekerezo rya 8 rusama 2020 umushikiranganji wo mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe afrika y’ubuseruko  yandikiye umunyamabanga mukuru w’ako karere amumenyeshako umugwi washinzwe ngo uzoze gucungera amatora uzotegerezwa gushikira muri quarentaine(Ukwabonyene) ikiringo c’imisi 14 mu ntumbero yo gukinga CORONAVIRUS. Bikavugwako ari muntumbero yo kwanka abacungera amatora bavuye hanze kugira ntibabone amanyanga ariko arakorwa na CNDDFDD mu kwiba amajwi narirya iyo ngingo bayimenyeshejwe batevye atamisi irenga 14 isigaye kandi reta y’uburundi yaribiziko bazoza kuva kera.
Burundi : Ubusuma bw’amatora mw’itangwa ry’amakarata y’amatora.
Mugihe ikiringo co gutorerako amakarata y’amatora umugwi CENI wagerageje kugihuza n’umwanya wo kwiyamamaza, hongeyeko ko abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe na CNDDFDD uri kubutegetsi bariko barimwa amakarata yo kuzotorerako.  Nkuko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi avuye hirya no hino mu gihugu abivuga.  “Ugiye gutora ikarata, abakozi ba CECI bakuraba mumaso bagaca bagenda bakaraba mugitabu. Basanze utari umywanyi wa CNDDFDD bagaca bakubwirako ikarata yawe batayibonye.” Ayo makuru abandanya avugako muvyo umugambwe CNDDFDD wateguye kugira wibe amatora ico kintu carimwo aho vyavugwako umugwi CENI uzotanga amakarata y’amatora mumwanya wo kwiyamamaza hanyuma abanywanyi b’imigambwe batavuga rumwe baje mur’ivyo ariko abanywanyi ba CNDDFDD bobo bakazoheza bakaronswa amakarata bitonze mw’ibanga nk’uko vyagenze mukuronswa uburangamuntu bwo kwiyandikisha. Uko bishobora kuba vyarateguwe baravye ukuntu itangwa ry’amakarata yo gutorerako ryinjiramamwo n’umunsi mpuzamakungu w’abakozi n’akazi uhimbazwa gw’igenekerezo rya 01 Rusama, ugahurirana n’imisi yo gusenga; kuwagatandatu ku basabato badakora ndetse no kuw’Imana abandi bakirisu baba bari gusenga.  Abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe na CNDDFDD  bagasabako ivyo bintu vyokurikiranirwa hafi kuko babonamwo amahinyu bagasaba umugwi CENI kutihenda ngo ukorere umugambwe umwe wonyene ahubwo ko wokora neza kugira n’ibizova mu amatora bizokwizerwe.  Tubamenyesheko amakarata y’amatora mashasha ariko aratangwa kuva kw’igenekerezo rya 30/4/2020 gushika kurya 04/5/2020 kandi ko umugwi CENI wamenyeshejeko iyo tarike irenze atamuntu numwe azosubira kuronswa ikarata y’amatora. Bisubiye abasanganywe amakarata bakoresheje mumatora yo kwemeza ibwirizwa nshingiro atazokwemerwa kanki abasoda bari mubutumwa bw’akazi hanze y’igihugu igihe abandi biyandikisha batazotora amakarata, ko bazobimenyeshwa n’inzego zibatwara, icateye amakenga igituma umugwi CENI utamenya uko amatora atunganywa munzego zijejwe umutekano.  Bikavugwako abanywanyi ba CNDDFDD bobo baronswa amakarata mubibanza birenga kimwe kumazina atandukanye kugira bazotore hose  muntumbero yo kwiba amatora.
Burundi : Imyiyamamazo ya Rwasa Aghaton mu Cankuzo itegekanijwe kuwa gatandatu bihuriyehe n’inyuruzwa rya Arcade Butoyi?
Mugihe kuwa gatandatu igenekerezo rya 02 Rusama 2020 hitezwe  Aghaton Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL mu ntara ya Cankuzo mu myiyamamazo izobera Kigamba na Mishiha, abanyamugambwe biwe baguma baterwa ubwoba. Nk’uko amakuru dukura aho mu Cankuzo abivuga, inyuruzwa rya Arcade Butoyi batazira Manyema ryabaye kuwa kabiri igenekerezo rya 28/4/2020 avuye mu kiraka co kuduza amajwi(sonorisation) y’imyiyamamazo ya CNL muri komine Kigamba  ryoba rifitaniye isano n’imyihamamazo ya Rwasa Aghaton umukuru wa CNL itegekanijwe mur’iyo ntara kumusi wa gatandatu.  #Burundi: Arcade Butoyi batazira Manyema, aserukira sendika #STEB muntara ya #Cankuzo hamwe n'abandi basore babiri harimwo uwitwa #Alawi bahejeje kunyuruzwa muma saha ya sambiri n'inusu z'ijoro kur'uyu wa 28/4/2020. Batwawe n'imodoka zibiri  harimwo abapolisi. Kumugoroba wo kuwa kabiri igenekerezo rya 28/4/2020 Arcade Butoyi, umwigisha akaba anarongoye syndicat STEB mur’iyo ntara, asanzwe afise umwuga wo gufata amashusho, umwuga wamutunze imyaka itari mike yamaze yarakuwe mukazi kubera guharanira inyungu z’abigisha, avuye i Kigamba yoba yasanze imodoka zibiri iya Ndugi Reverien, umukenguzamateka Salvator Bigirimana(arikumutwe  w’urutonde rw’abazokwitoza mubashingamateka) n’umunyamabanga w’umugambwe CNDDFDD mu ntara ya Cankuzo zamutegereye aho akorera.  Haciye umwanya uwo Arcade n’abandi babiri barikumwe bakaba baciye banyuruzwa n’imodoka zibiri hoba harimwo abantu bitwaje ibigwanisho ku kabare bita kukayaga kuwitwa Sylvain aho bikavugwako harimwo umusirikare n’umupilisi bakorera iperereza, Anglebert Ngendabanka umushingamateka hamwe n’imbonerakure bita Gilbert ikorera ishirahamwe REGIDESO. Aho boba baciye babajana ahantu hataramenyekana ariko amakuru adushikira akavugwako bari mw’iperereza. Bukeye, tubajije kuri WhatsApp umushingamateka Anglebert Ngendabanka ko hari icazi kur’iryo nyuruzwa ryabo bantu akaba yatwishuyeko atavyo azi kubera uwo munsi yiriwe arushe atavyo aramenya. Tumubajije ko hari imodoka yokwinjira igasohoka muntara ya Cankuzo igatwara abantu ntimenyekane yatwishuye ati: “Nukurondera ukuri kabisa kuko Intara yacu ubu yari itekanye.  Kuva Cankuzo gushika Ruyigi na Gitega hari amabariyeri sinumva ko hari imodoka yorengana mw’ijoro ntimenyekane. Uzi n’iceyi baguma banshirako nibereye amahoro! Murazobaze aho nciye canke ndi abanyagihugu bamana umunezero.” Tubandanije amatohoza n’uko inzego zijejwe umutekano zidashaka kumenyesha ikintu na kimwe kur’iryo nyuruzwa rya Arcade Butoyi alias Manyema nabo barikumwe.  Ku mugoroba w’igenekerezo rya 30/4/2020 twasubiriye kurondera mushingamateka Anglebert Ngendabanka tumubazako atoba aramenya amakuru ya Arcade nabo barikumwe atwishura ati:  “Bariko banyambika ibara. Hama ngo ndondere. Jewe mfise abo twarikumwe bashika ijana bazonkurako iceyi. Kuva migitondo gushika saha tanu z’ijoro.  Rero sinobeshengwa hama ngo ntohoze.” Amakuru ava mumugambwe CNL aho mu Cankuzo amenyeshako abafise amamodoka bakotesha batinye gutanga imodoka zizotwara abanywanyi ba CNL mumakomine Rwasa azoja kwiyamamarizamwo yo mur’iyo ntara.  Bakavugako baterwa ubwoba n’uwo mushingamateka Anglebert ivyo nawe ahakana akavugako ari aba CNL “bataye umutwe” ko ata bene imodoka baravugana.  Ariko ayo makuru akavuga ati:  “Barahumba urubanza rwo kuwa gatandatu ruzogenda neza” Twobamenyeshako abanywanyi ba CNL batari bake bamaze kugirwako iterabwoba, bamwe bakanyuruzwa bakaburwa irengero nka Mugara yanyururijwe  mu Cendajuru be n’uwaramutwaye kumoto, abandi baturirirwa amazu aho mu Cendajuru bazirako banse kwinjira muri CNDDFDD ariko abasigaye bakanka kwinjira kunguvu. Bikavugwako n’abanywanyi ba CNDDFDD batari bake bamaze kurambirwa n’ayo mabi aguma avugwa mu ntara yabo.
Burundi: Amatati hagati ya Évariste Ndayishimiye n’abakozi atanguye kare.
Amasendika n’inani z’amasendika zikorera mu Burundi zarasohoye itangazo kw’igenekerezo rya 24/4/2020 ziyamiriza imvugo z’abanyepolitike bashikiriza amajambo atumbereye gusambura amasendika aharanira inyungu z’abakozi.  Mur’iryo tangazo abaserukira abakozi bamenyeshako uburenganzira bwo kugira amasendika hamwe no kugira imyiyerekano babuhabwa n’amategeko y’uburundi ndetse na mpuzamakungu rero ko badatahura ingene abanyepolitike biha gucafuza no kugomba gucanishamwo abarongoye amasendika n’abakozi mugihe boshize imbere kwubahiriza amategeko n’ineza y’abakozi.  Bakabonako hari abajejwe intwaro bamaze imisi bashaka kwivanga muvy’itunganywa ry’amasendika muntumbero yo kubuza ubwigenge abakozi, ibishobora gusubiza inyuma intambwe amasendika yari yashitseko muguharanira inyugu z’abo baserukira m’uri iyi myaka.  Abo barongoye amasendika  n’inani z’amasendika bakaba babishikirije inyuma yaho umukandida mukibanza c’umukuru w’igihugu w’umugambwe CNDDFDD uri kubutegetsi, Évariste Ndayishimiye avugiye ati: “Abarongoye amasendika babasaba kuja muma grèves kugira nabo barye intererano zanyu…Mu bisanzwe iyo abakozi bagize grève baca bahembwa mumafaranga baterereye mumasendika kuko umukozi ari muri grève adasubira guhembwa.” Évariste Ndayishimiye akaba yaranifariye mugahanga ishirahamwe ryo kuziganiriza abakozi INSS ko ridafata neza abakukuruke mugihe umugambwe CNDDFDD arongoye ari nawo azoserukira mumatora yo kw’igenekerezo rya 20 Rusama umaze imyaka 15 ku butegetsi ariwo ubazwa ibitagenze neza vyose mur’ico kiringo.  Tubamenyesheko ivyo vyose bibaye ikiringo co kwiyamamaza kitari bwagere. Kwiyamamaza bikaba bizova kw’igenekerezo rya 27 Ndamukiza gushika 17 Rusama 2020 mu gihugu cose, igihe cose guhera  isaha cumi na zibiri z’igitondo gushika cumi nazibiri z’umugoroba(6h-18h).
Burundi : #CORONAVIRUS irerekanye urukundo abanyepolitike bakunda abanyagihugu.
Mugihe havugwa ubukene bw’ibikoresho vyo kwikingira ikiza ca CORONAVIRUS mubitaro no mu mavuriro hiryano hino mu gihugu, reta ibicishije mu bushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kugwanya #SIDA yaraye itanze ibikoresho vyo gukingira abanyepolitike bazoja kwiyamamaza.  Mu nyubakwa z’ikigo kiranguza imiti n’ibikoresho vyo kwa Muganga, ejo ku wa gatanu igenekerezo rya 24/4/2020, umushikiranganji wo kubungabunga amagara y’abantu no kugwanya SIDA , Dr Thaddée Ndikumana yarashikirije Pierre Claver Kazihise arongoye umugwi ujejwe gutunganya amatora CENI be n’abasekiye imigambwe izoja mumatora, udukoresho   3000 two gupima ubushuhe, indobo 2000, isabune 3000 hamwe n’udufukamunwa 75000 bakazobikoresha mukwikingira ikiza ca COVID19 mubihe vyo kwiyamamaza.  Ivyo bikoresho bikaba bihawe abarongoye imigambwe mu gihe abaganga n’abaforoma bo hirya no hino mu gihugu bidoga ko bafise ubukene bwavyo kandi ikiza ca CORONAVIRUS kibandanya kirandagata mugihugu.  Tubamenyesheko abantu 15 aribo reta imaze kwemezako banduye uwo mugera wa COVID19 ariko amasoko, amasengero, ibibuga vy’umupira, amashure n’ibirori bizwiko vyanduza abantu benshi bikaba bibandanya bikora ukuri kwamye ndetse n’ikirangamisi co kwiyamamaza kikaba cashizweko umukono na Petero Nkurunziza kuruyu wa 25/4/2020.  Kuva kw’igenekerezo rya 27 Ndamukiza  gushika 17 Rusama 2020 amatora nayo akaba yagimijwe kw’igenekerezo rya 20 Rusama 2020 hagashobora kwandurira abantu batagira igitigiri narirya umuntu bashobora kwandura akanduza ico kiza ca CORONAVIRUS atabimenyetso biramubonekako.
Burundi : Ubusuma bw’amatora ya 2020 bwaratanguye CENI irorera.
Mu gihe amatora y’umukuru w’igihugu, abashingamateka n’abahanuzi b’amakomine azoba kw’igenekerezo rya 20/5/2020, ikiringo co kwiyamamaza mur’ivyo bibanza gitegekanijwe kuva kw’igenekerezo rya 27 ndamukiza 2020 gushika 17 rusama 2020, umugambwe CNDDFDD wowo uza  watanguye kera kwiyamamaza.  Mumategeko agenga amatora biravugwako uburyo bwo kwiyamamaza ari bwinshi: Guhuza abantu, gukoresha ivyandiko bimanikwa abantu, gukoresha imbuga ngurukanabumenyi,… mur’ivyo, umugambwe CNDDFDD usanzwe uturukamwo abarongoye umugwi wigenda ujejwe amatora CENI,  uza watanguye kwiyamamaza ukoresheje imbuga ngurukanabumenyi kandi ikirangamisi ca CENI kidakurikijwe. Turetse ama groupes n’impapuro za facebook usanga zanditseko “CNDDFDD, tsinda amatora 2020”, uwo mugambwe uheruka gusohora indirimbo hamwe n’ubwamo bw’amajwi vyamamaza umukandida Évariste Ndayishimiye azokwitoza kw’izina ry’uwo mugambwe. Igitangaje nk’uko abazumva bavuga ni ukuntu havugwamwo ibimenyetso bizoba biri kw’ifise z’amatora mugihe umugwi CENI utarazishira ahabona.  Kuri uyu wagatandatu igenekerezo rya 18/4/2020 umugambwe CNDDFDD , usanzwe umaze imyaka 15 ku butegetsi ukaba ufise ibikorwa vyo kwiyamamaza ukoresheje “irementanya no gutera ubwoba abanywanyi b’umugambwe CNL”  aho bivugwako hari imbonerakure zateguwe muntara ya Ngozi zishika 4000 ziza kuvugako zahora mu mugambwe CNL wa Agathon Rwasa. Bikavugwako zimwe zahora muri FNL yo kwa Jacques Bigirimana aheruka kumenyeshako atacitoje mu kibanza c’umukuru w’igihuhu, nazo akazi ko gucamwo ibice FNL zari zahawe bikavugwako kari gaheze nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga.  Tubamenyesheko umushingamatega Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL  utavuga rumwe na CNDDFDD, aheruka kubugira kw’iradiyo imwe yigenga ko mugihe amatora atogenda neza  atazoyemera. Aho ni mugihe abanywanyi b’umugambwe CNL birirwa barafatwa bapfungwa abandi bakicwa nk’uko biguma bisohorwa mu vyegeranyo bitandukanye vy’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike umugwi CENI nawo ukaba ataco ubivugako.
Burundi : Amatora yasivye kubera CORONAVIRUS
Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’uburundi n’ayandi makungu bwandikiye abaserukira uburundi mumakungu kur’uyu wa 15 ndamukiza 2020 ko umugwi CENI itagitunganije amatora hanze y’uburundi. Mw’ikete Amb. Ézéchiel Nibigira yanditse, rigashirwako umukono n’umwunganizi wiwe Amb. Bernard Ntahiraja amenyesha abaserukira uburundi mu makungu bose ko kubera ingorane z’amagara y’abantu isi yose irimwo bitagikunzeko umugwi wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI utunganya amatora ya 2020 hanze y’uburundi.  Mugihe uwo mugwi ufise umuvugizi wawo ariko ivyo bikaba vyatangajwe n’uwahora arongoye umuhari  w’imbonerakure z’umugambwe CNDDFDD asanzwe ari umushikiranganji muri reta, hari abaciye bavugako bigaragazako uwo murwi atabwigenge ufise mu matora yimirije.  Tubamenyesheko mugihe havugwa impari mubihangange vy’umugabwe CNDDFDD uri ku butegetsi, kuvyerekeye kwigiza inyuma amatora ya 2020 no mu Burundi nk’uko ibindi bihugu vyabikoze ngo abanyagihugu bakingirwe kwandura ico kiza ari benshi,  amakuru abandanya adushikira avugako ico kiza ca CORONAVIRUS kibandanya kirandagata mu Burundi benshi bagapfa batanapimwe kubera  bisaba kuba vyaciye ku mugwi wabishinzwe muri INSP.
Burundi : “Abatutsi bogereranywa n’agapira bakirina ku meza (Ping Pong) imigambwe y’abahutu iriko irateraterana.” Itangazo ry’umugambwe PARENA.
Mw’itangazo umugambwe w’imbogoraburundi PARENA washize ahabona kw’igenekerezo rya 04 ndamukiza 2020 usaba inama nshingamateka kwerekana aho uhagaze mukuvuga Ego canke Oya ko ibwirizwa nshingiro kugira rigire ububasha kandi ryemerwe ritegerezwa kwisunga itegeko N° 01/07 ryo kuwa 1 kigarama 2000 ryemeza amasezerano y’amahoro no gusubiza hamwe  mu Burundi mu gihe cose iryo tegeko ritarafutwa.  Ku mpapuro zibiri, uwo mugambwe wabanje kuvugako ibwirizwa nshingiro ryo mumwaka wa 2005 ritari ryubahirije amasezerano ya Arusha arinaco catumye habaho ubwicanyi n’abahunga bagahunga kandiko iryarisubiriye ryo muri 2018 ryoryo rizohuhura n’ivyahuhuka.  Umugambwe PARENA usaba inama nshigamateka iriko irasasa mur’iyi misi kugira aho ihagaze nimba itegeko N° 01/07 ryo kuwa 1 kigarama 2000 ryemeza amasezerano ya Arusha y’amahoro no gusubiza hamwe mu Burundi, ryoba rigikurikizwa narirya ibwirizwa nshingiro kugira rigire ububasha kandi ryemerwe ritegerezwa kwiryisinga.  Kubwa PARENA, uburundi busa n’ubwanduye umuvumo mu mwaka wa 1958 aho bwashikirwa n’amabi atari bwigeze abaho kuva uburundi bwabaho mu kijana ca 15 nk’uko abize ivy’akahise babivuga.  Uwo mugambwe wabandanije uvuga amatarike yaranzwe n’akaga ku Burundi: “Mu mwaka wa 1961 amatora yambere yahuje Rwagasore na bavyarawe BIRORI na NTIDENDEREZA yabaviriyemwo kwicwa,  Mu mwaka wa 1965, habaye amatora hagati y’abashingamateka b’abahutu n’abatutsi bose bari mu mugambwe UPRONA, abahutu babonye batsinzwe baca bategura ubwicanyi bwo muri Bukeye na Busangana muntara ya Muramvya y’ubu imbere yo guhungira mu gihugu ca  Tanzaniya. Mu mwaka wa 1972 biba cokimwe no mu mwaka wa  1965 abahutu batera mubumanuko bw’uburundi bica abatutsi ingenda imbere yuko ubutegetsi bwica ibihumbi vy’abahutu igihugu cose mubwicanyi ndengerabutungane. Mu mwaka wa 1993, habaye amatora hagati ya FRODEBU  na UPRONA, bamwe biyita abahutu abandi abatutsi, hakurikiye ubwicanyi bwahitanye abatutsi igihugu cose inyuma y’urupfu rw’Umukuru w’igihugu Ndadaye n’abafasha biwe. Ubu naho hariko haba uguhangana kutabuzemwo gukora amaraso hagati ya CNL na CNDDFDD aho bagirizanya uko umwe arenganye ko ari ivyitso  y’abatutsi.” Uwo mugambwe ukabonako “Abatutsi bogereranywa n’agapira bakirina ku meza (Ping Pong) imigambwe y’abahutu iriko irateraterana.” PARENA ibwira batabizi mur’iryo tangazo ko amasezerano ya Arusha y’amahoro no gusubiza hamwe mu Burundi yari yaje kutorera umuti burundu ubwicanyi bwose bwabaye hamaze kuza imigambwe ya politike mu mwaka  wa 1958. Ukavugako abakwegeye uburundi ari abanditse ibwirizwa nshingiro ryo mu mwaka wa 2005 hanyuma abanditse iryo mumwaka wa 2018 bakaza bavyunyura.  Uwo mugamwe urongowe n’umushingantahe Zénon Nimubona, uvugako n’iyo inama nshingamateka yica amatwi ntiyumvye akamo kawo, uzotumirira abantu bose kwiyumvira igituma abantu bota umwanya n’amafaranga baja mumatora ariko atsimbataza amacakubiri y’amoko kandi adashaka kuyatorera umuri, ukarangiza wongera gusaba abashingamateka kwicarira ico kibazo c’iryo tegeko ryategerezwa guha agaciro ibwirizwa nshingiro imbere yo kubandanya amatora.
Reta yanse ko amakamyo 23 azanye imfungurwa yinjira mu Burundi
Mugihe abashikiranganji b’imigenderanire n’abamagara y’abantu bagize akarere ka Afrika y’ubuseruko baheruka kugira inama yo kugwaniriza hamwe ikiza ca CORONAVIRUS(COVID19) kw’igenekerezo rya 25/3/2020, reta yuburundi yanseko amakamyo yari azanye ibifungurwa avuye muri Kenya yinjira.  Ayo makamyo yankiwe kwinjira kw’igenekerezo rya 31/3/2020 kaba yaramaze gishoka 23 afise imparati z’imodoka zo muri uganda na Kenya akaba yankiwe kwinjira aciye kumipaka itandukanye ihuza uburundi n’urwanda avuye kukivuko c’i Mombasa muri Kenya.  Igihugu c’urwanda kikaba caciye candikira Kenya na Uganda kimenyeshako kubera igihugu c’uburundi kirenze kumasezerano yo huhanahana ibidandazwa yagati y’ibihugu bisangiye akarera ka afrika y’ubuseruko ko naco kigiye kwankira ibidandazwa bija mu Burundi guca kubutaka bwaco.  Hambavu y’ivyo ibidandazwa, ikinyamakuru Newtimes Rwanda kiravuga abarundi batandatu bankiwe kwinjira mu gihugu cabo c’amavukiro aho umwe muribo yaravuye kwivuza ingwara ya Cancer ahitwa i Butaro(abarundi benshi bakaba bahivuriza) biba ngombwa ko basubizwa inyuma mu gihugu w’uRwanda haka harimwo n’akanga gatoya.  Tubamenyesheko atari ubwambere igihugu c’uburundi cankako ibidandazwa biciye munzira ya ruguru(Corridor nord) vyinjira. Mu mwaka wa 2017 mu kwezi kwa kane, caraseko amatoni 300 y’imfungurwa z’imfashanyo ishirahamwe PAM ryari rizanye ngo nuko vyaciye mu Rwanda, ubuhombe kuri bene imodoka n’ibidandazwa bikaba vyaravyuye imburano.   Muri’ki gihe c’ikiza ca COVID19, ibihugu vya afrika y’ubuseruko bikaba vyari vyumvikanyeko bigiye kugwaniriza hamwe ico kiza nk’uko ibihugu vy’iburayi bibikora, ibidandazwa bikabandanya bica kumipaka ariko reta y’uburundi ikaba ibaye iyambere mukwanka ko amasezerano ashigwa mungiro.
Burundi: Biravugwako mu gupima ikiza ca #CORONAVIRUS hakoreshejwe uburyo bwa #PCR, hafatwa ibipimo bitari munsi ya bibiri, bifatiwe mu misi itandukanye.
Ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kugwanya ikiza ruhonyanganda #SIDA mukwemezako ibipimo vyafatiwe abarundi babiri bagwariye mu bitaro Prince Regent Charles vyo mu #Buyenzi kw’igenekerezo rya 23/3/2020, amakuru adushikira hafashwe ibipimo vy’amaraso rimwe gusa.  Aho ni mugihe ico kiza ca #CORONAVIRUS arico #COVID19 bivugako kiboneka mu  muntu hagati y’imisi ibiri n’imisi cumi n’ine umuntu acanduye, abahinga bakavugako iyo misi ishobora kurenga bivanye n’abasoda b’umubiri uwupimwe afise uko bakomeye.  Abatari bake bakabonako ubwo bushikiranganji bwoba bwarihuse guhakana ko ikiza ca #COVID19 bakibazako uwo mushikiranganji yoba akorera kumategeko y’umugambwe CNDDFDD washize imbere ivy’amatora y’imirije, amatora abanywanyi bawo birirwa bararirimba ko yaheze hasigaye gusinya, akirengangiza ivyo yarahiye.  Bagasabako ico kiza cogwanya hakoreshejwe inguvu nyinshi kandi amategeko yafashwe agashirwa mungiro na bose atamwana n’ikinono.  Tubamenyesheko ico kiza kibandanya ciha inganda mw’isi, igihugu c’ubutariyano hakaba hapfa abantu barenga 700 uko amasaha 24 aheze kandi ko mu #Burundi  dufise amakuru ko hari abantu batatu mabaze gupfa bakekwako ibimenyetso vy’ico kiza ariko batashoye gupimwa ahubwo imiryango yabo ikaba yaratewe ubwoba ko iramtse ibishize ahabona izokwibonerako.   Soma page facebook
Burundi : « Urubanza rw’abagirizwa igandagurwa rya Perezida Ndadaye Melchior, uburyo co gukwega abanywanyi mumatora ».
Kw’igenekerezo
rya 6/03/2020 sentare ntahinyuzwa yaraciye urubanza kungingo abagirizwa urupfu
rwa Melchior Ndadaye bari bungururije, urubanza rukazoburanishwa mu ntahe y’icese
mw’ido n’ido kw’igenekerezo rya 19/03/2020 kunguvu. Sentare
ntahinyuzwa ikaba yatumyeko abantu 20 harimwo bane : Col Gunungu Gabriel,
Col Nahigombeye Anicet, Gen de Brigade Ndayisaba Céléstin alias Kibadashi na
Col Niyonkuru Laurent bapfuniwe mu mabohero atandukanye yo hagati mu gihugu, umwe
yidegemvya, Col Mushwabure Ildéphonse n’abandi bari hanze y’igihugu bamwe kumvo
z’akazi abandi kuguhunga ingorane za politike igihugu kirimwo kuva mukwa kane
2015.  Mu nzitizi
abashingwamanza b’abagirizwa harimwo ko;  Kubw’umushingwamaza
yanonosoye ivy’amategeko urwo rubanza rugomba gukoreshwa muntumbero zibiri : « Kuzobwira
abanywanyi  b’umugambwe CNDDFDD n’abandi
barundi bo mu bwoko bw’abahutu ko bashoboye guhora Melchior Ndadaye, umukuru w’igihugu
wambere w’umuhutu yishwe amaze amezi atatu gusa kubutegetsi, aho abandi bakuru
b’igihu b’abahutu batashoboye kubikora »  Ivyo akabivuga
afatiye kukuntu Rwasa Agathon, uwutavuga rumwe na CNDDFDD bazoca bamwagirizako
yagiye hamwe na UPRONA, umugambwe wagirizwa na CVR ko ariwo wahoneje abahutu, mugihe
abo bapfunzwe benshi bari mur’uwo mugambwe. Ica kabiri uwo
mushingwamaza abona n’uko umugambwe CNDDFDD woba ushaka kunyaga urukombamazi
abahunze igihugu mukubagirizako ivyaha bitandukanye mugihe abakoze ubwicanyi
nko guturira abanyeshure bo mu Kibimba, abishe abatutsi i Bugendana, Kibimba,
Teza, Buta, n’abategera abantu mu mabarabara muntambara yamaze imyaka irenga
cumi bobo bidegemya aribo bariko bariyamamaza.  Twobamenyeshako urwo
rubanza rukazoburanishwa kw’igenekerezo rya 19 ntwarante 2020  mw’ido n’ido n’aho abagirizwa bapfungiwe
hagati mu gihugu be n’abari bariko bashaka gusubira gusambuza urwo rubanza.
Bikavugwa ko bazokwitura igisata ca gasamburamanza kiri muri sentare
ntahinyuzwa nk’uko amategeko abibemerera naho iyo sentare iriko ibahatira
kwinjira mw’ido n’ido kandi itemerako abari hanze baserukirwa n’abashingwamanza
batariho.
Burundi : Bane muri cumi bankiwe kuzokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu.
Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 10 ntwarante 2020, umurwi wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI washize ahabona ivyavuye mw’isuzumwa ry’amadosiye y’abasavye kwiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu mu amatora azoba kw’igenekerezo rya 20 rusama 2020.  Muri cumi bari batanze amadoyiye,  Ntibashoboye kwemererwa kwiyamamaza hanyuma; Bakanaba aribo bemerewe kuzokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu.  Twobamenyeshako abaserukira imigambwe CNDD na FRODEBU Nyakuri bamenyeshejeko batazoja mumatora y’umukuru w’igihugu ariko ko biteguriye kwitoza muyo abashingamateka.
Burundi :  Muri Komine Mabayi ubuzi bwahagaze imisi ibiri.
Kubera urugendo rwa Evariste Ndayisgimiye rutegekanijwe kumusi w’ejo igenekerezo rya 06/3/2020 muntara ya  Cibitoke muri komine Mabayi, ubuzi bwahagaze uno musi guhera satatu zo mu gitondo, abanyeshure bakubitirwa kuja guharura aho azoca.  Mugihe ibwirizwa rigenga amatora ya 2020 rimenyeshako ibikorwa vyo kwiyamamaza kubashaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu bizotangura mumpera z’ukwezi kwa kane, uwo munyamabanga mukuru w’umugambwe CNDDFDD, wewe arabandanya kwiyamamaza. Muri urwo rugendo azokora mu Cibitoke hariko hatozwa amafaranga ngo bazomugurire inka azovayo agabanye.  Tubamenyeshejo naho kwiyamamaza bisa nivyatanguye muri CNDDFDD, umushikiranganji w’intwaro yohagati mugihugu aherutse kwandikira ababuramatari bose ko ahagaritse amakarashishi avugwamwo indirimbo zihayagiza imigambwe gushika ikiringo co kwiyamamaza kigeze, ni mugihe kandi umugwi wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI, utaramenyesha abamaze kwemererwa kwitoza ico wakoze akaba ari kwakira amadosiye y’abashaka kwitoza. Mu kibanza c’umukuru w’igihugu harimwo iya EVARISTE NDAYISHIMIYE, RWASA AGHATON, FRANSIS ROHERO, DOMITIEN NDAYIZEYE NA GASTON SINDIMWO mubindi bibanza bikavugwako abazokwitoza bari kuntonde zugaye.
Burundi : “Petero Nkurunziza na Évariste ndayishimiye ntibahuriza kw’ibwirizwa rihamagaza amatora”
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yateye umukono kw’ibwirizwa N°100/030  ryo kuwa 20 ruhuhuma 2020 rihamagaza amatora y’umukuru w’igihugu, abashingamateka, abahanuzi b’amakomine n’abakenguzamateka harimwo ingingo zemera ko haba abazokwitoza murutonde rwugaye, ivyo Evariste Ndayishimiye azoserukira umugambwe CNDDFDD mu matora y’umukuru w’igihugu amaze imisi yiyamiriza.  Mur’iryo bwirizwa
risaba abashaka kwitoza mu bibanza vy’umukuru w’igihugu n’abajenama ba komine
gutanga amadosiye yabo kuva kw’igenekerezo rya 25 ruhuhuma gushika 5 ntwarante
2020, abanshingamateka bakazogeza kw’igenekerezo rya 10 ntwarante 2020  hanyuma abakenguzamateka kuva kw’igenekerezo
rya 27 rusama 2020 mu mugwi wigenga ujejwe amatora CENI.  Amatora y’umukuru
w’igihugu, ay’abashingamateka n’abajenama b’amakomine azobera umusi umwe kw’igenekerezo
rya 20 rusama 2020 ariko bishitse mukibanza c’umukuru w’igihugu bakanganya ari
babiri canke ntihagire uwukwiza amajwi asabwa hazoca haba amatora agira kabiri
kw’igenekerezo rya 19 ruheshi 2020 azotunganywa na CENI nyene. Amatora y’abakenguzamateka
azoba kw’igenekerezo 20 mukakaro 2020 ku migwa mikuru y’intara batowe n’abazoba
batowe mukibanza c’abajenama b’amakomine. Ibindi
vyibonekeza mur’iryo tegeko n’uko abarundi bari hanze bemerewe gutora bazotora
umukuru w’igihugu n’abashingamateka gusa nimba atakwihenda kwabayemwo, kuc’abashingamateka
bakazotora abo muntara bavuyemwo mu Burundi.  Kiretse
ikibanza c’umukuru w’igihugu, ibindi bibanza bisigaye abazokwitoza bazoja
kurutonde rwugaye ku migambwe ariko abigenga bobo bakazokwitoza kugiti cabo.  Igitigiri c’abashingamateka
bazotorwa ni 100 ariko iryo tegeko riravugako hari abazova mubwoko bw’abatwa
batazorinda gutorwa.  Twobamenyesha
ko Evariste Ndayishimiye azoserukira umugambwe uri kubutegetsi CNDDFDD aramaze
imisi yigisha abanyamugambwe ko umuco wo kumenyera kwitoza ku ntonde zugaye ari
ukuwusezerera aho avuga ngo “Ingumba irira ku mvyeyi” ivyo wewe yabonako iyo
abantu batitoje baboneka haca hatorwa abataco baheza ngo bamarire umugambwe n’igihugu,
“Abanyamafuti”.
Burundi : Coup d’état igira ibe, Évariste Ndayishimiye yoba atagiserukiye CNDDFDD mumatora.
Inyuma y’imisi ibiri gusa Général  Major Évariste Ndayishimiye atowe ngo azokwitoze mukibanza c’umukuru w’igihugu, imbonerakure ziriko zirisuganya ngo zimwiyamirize guhera kur’uyu wa 28/01/2020. Amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi amenyeshako imbonerakure zamaze kwiyegeranya mu Kamenge mugisagara ca Bujumbura zikaba ziriko zirahagarika abarengana kugira bagire urugendo rwo kwiyamiriza Gnl Major Evariste Ndayishimiye aheruka gutorwa n’inama kaminuza y’umugambwe yabereye i Gitega kw’igenekerezo rya 26/01/2020 ngo azoserukire umugambwe CNDDFDD mumatora ategekanijwe kw’igenekerezo rya 20/5/2020.  Igihe c’isaha 12h20 Petero Nkurunziza bikavugwako yaciye impande y’aho barundanye kugira basabe agumane igihugu, bamwe bati: “Evariste  twaramwemeje hasigaye amatora gusa” abandi bati: “Mwanguha ahubwo Nkurunziza nagume kuri volant, Kirogorogo nta gihugu twomuha.”  Bikavugwako urugendo rw’Imbonerakure rugira ruve mu Kamenge impande ya Nyabagere batere bamanuka kuri Rond Point des Nations Unies ntawuzi ko babandanya hagati mugisagara ca Bujumbura.  Tubibutseko inkuru nkizo zigeze kuvugwa mu misi iheze ko no kuraswa hari abazoraswa kumaguru gurtyo Petero Nkurunziza ace afata igihugu nk’umwami.  Ivyo bikaba bije inyuma yaho benshi mubanyamugambwe CNDDFDD bari bamaze imisi biruhutsa kubona Petero Nkurunziza agira aze yava kubutegetsi.  Inkuru tubandanya tubakurikiranira.
Burundi: Abarundi uko bakiriye igenwa rya Evartiste Ndayishimiye ngo azokwitoze mu kibanza c’umukuru w’igihugu.
Général Major Évariste Ndayishimiye, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDDFDD uri ku butegetsi yaraye agenywe n’umugambwe ejo kumusi w’Imana igenekerezo rya 26 nzero 2020 ngo azowuserukire mumatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kw’igenekerezo rya 20/5/2020, twabegeranirije ivyiyumviro vya bamwe n’abandi uko babona iyo ngingo.  Duhereye kuri Évariste Ndayishimiye ubwiwe yamenyesheje ahejeje gutorwa ko akivyumva yahatswe kugira ubwoba ariko aremeshwa n’ijambo bari bamaze imisi bigishwa ryo “kudatinya”, kandiko imboneza yamaho mumugambwe izomuguma hafi, akaba yavuga Petero Nkurunziza. Yaravuzeko hari abazomuremeka inteba ishushe abandi bakavuga ayamuhe kuko ngo ibihe nk’ibi vyama vyagaragayeko hari abahemuka.  Ikindi yavuze n’uko ngo yaramaze kubona ibimenyetso bitari bike bimwerekako ashobora kuzoba umukuru w’igihugu akavuga nk’inuma yaheruka kugwa kumutwe w’umutambukanyi wiwe n’ukuntu ngo yabona yakirwa n’abanyagihugu muntara zitandukanye.  Kubwa Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu buca arangiza ikiringo, “imana yabirangije kera” akaba no mumasengesho arangiza umwaka wa 2019 yasenze asaba imana ko kw’igenekerezo rya 20/5/2020 abarundi batoja gutora ahubwo ko boja kwemeza gusa, inyigisho ndetse zigishwa n’umugambwe uri kubutegetsi aho uvugako bahejeje guhinyanyura hasigaye kwemeza gusa.  Abanyamugambwe CNDDFDD igihugu cose bakaba baciye bagorobeza bagira imyiyerekano(démonstration de forces) aho mubo twashoboye kwumva bavugako baryohewe n’uko inama nkuru y’umugambwe ibashikirije uwuzobaserukira mumatora atangorane zibaye, kur’ico hakaba hari abatari muri uwo mugambwe bavuzeko bibazako kabaye akaryo ko kwereka Petero Nkunziza ko yari yabarambiye, ataribo babonye aratanze ubutegetsi. Bakizerako hari ibigiye guhinduka kumbure.  Kuruhande rw’abari baragwanije ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, urunani rwiswe “Halte au 3ème mandat” rwari ruhurikiwemwo n’imigambwe n’amashirahamwe birenga 300 kur’uyu w’Imana nyene igenekerezo rya 26/01/2020 rwari rusanzwe rukwiza imyaka itanu rwari rumaze rushinzwe kuko rwavutse kw’igenekerezo rya 26 nzero 2015 i Bujumbura. Rwarasohoye itangazo aho Vital Nshimirimana yanditse kw’izina ryarwo yavuze ko naho Petero Nkurunziza agiye kuva ku butegetsi hakiri vyinshi bigisigaye inyuma;  Kubwa Pacifique Nininagazwe arongoye ishirahamwe FOCODE Évariste Ndayishimiye ntiyigeze avugwa mumabi yo gukora amaraso canke kurya ibiturire yaranze intwaro ya Petero Nkurunziza, akavugako Évariste Ndayishimiye yari muba généraux banditse ikete mumwaka wa 2014 biyamiriza ivyo Bunyoni na Adolphe Nshimirimana bakora.  Abanywanyi b’umugambwe CNL utavuga rumwe na CNDDFDD bamenyesheje ikinyamakuru Itara Burundi ko batomboye kubona Évariste Ndayishimiye ariwe atowe ngo azohiganwe na Rwasa Aghaton bakamenyeshako intsinzi bamaze kuyizera kubera ngo Évariste Ndayishimiye “ntanguvu afise zo guhangana n’abo batavuga rumwe.” Tubajije umuhinga muvya politike, yabwiye ikinyamakuru Itara Burundi ko bashiraho Évariste Ndayishimiye canke uwundi uwariwe wese atowe n’akagwi gatwara igihugu ko intwaro iguma ari yayindi, agasigurako iyaba Petero Nkurunziza ariwe yari mubi ko yarafise abamukikuje bitari kubananira kumutegeka ngo ahagarike amabi yagumye akorwa imyaka yose yatwaye arorera. Akavugako Petero Nkurunziza yaronse umwanya ukwiye wo kumwiyegereza aho yamugira umushikiranganji w’intwaro yohagati mu gihugu, umuhanuzi mubiro iwe, gutwara ishirahamwe rikukira rita, gutwara umugambwe aho hose ngo akaba asa n’uwamaze kuba umusivire, ivy’igisoda vyamuvuyemwo atanguvu yibaza agifise nk’iziwe kuburyo zotuma yanka kumukoresha ico ashatse. Uwundi kur’ico akaba akaba yatumenyeshejeko “Kuva kubutegetsi ni ukuva kubutegetsi* ko atabonako Petero Nkurunziza ashobokuzomutegeka ivyakora ahubwo ko yomutangaza akamuhindurira.  Tubamenyesheko Évariste Ndayishimiye mukuvuga amazina yiwe hagarutse ipeta yahorana kera ataratwara umugambwe rya Général Major, bikavugwako ryasubiye kuvugwa kugira abaciye mw’ishamba muri CNDDFDD ntibazomukureko amaboko.
Burundi: Uwuzoserukira umugambwe uri kubutegetsi ahejeje kumenyekana.
Inyuma y’imisi itatu umugambwe uri kubutegetsi CNDDFDD ugirisha amasengesho, kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 26 nzero 2020 ukaba wagirishije ikoraniro kaminuza aho Général Major Evariste Ndayishimiye ariwe yatowe ngo azowuserukire mumatora y’umukuru w’igihugu azoba kw’igenekerezo rya 20/11/2020. Mugihe hari hamaze imisi havugwa abantu bane:  Ko aribo botowemwo uwitoza agasubirira Petero Nkurunziza amaze imyaka 15 kubutegetsi.  Général Major Evariste Ndayishimiye akaba ariwe yahavuye atorwa n’abanyamugambwe CNDDFDD hafi 1700 kubarenga gato 1800 bari bategekanijwe. Tubamenyeshoko uwo atowe ariwe azohangana n’umushingamateka Rwasa Aghaton atwara umugambwe CNL bivugwako ariwe benshi baha amahigweko azokwegukana ikibanza c’umukuru w’igihugu ari hamwe amatora atazoba yibwe.
Burundi : Amaso ya benshi ahanze i Gitega kukiza kuva mw’ikoraniro kaminuza ry’umugambwe uri ku butegetsi ririko riraba.
Imbonerakure zose zazindutse zija kumigwa mikuru y’intara
aho  bategerereye ikiza kuva mw’ikoraniro
kaminuza ririko riraba kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 26 nzero 2020 i Gitega
kumugwa mukuru wa politike w’uburundi. Amakuru dukura i Gitega n’uko hatumiwe abaserukira imigambwe yabo mubihugu vya Kenya, Turquie na Cuba, abaserukira ibihugu vy’ubushinwa, Nigiriya, Kenya, Turkiya, ububirigi, ubufanransa, uburusiya, ubuswissi, Lybiya, Indonesiya, Mali, Côte d’Ivoire, Gabon, Soudan, Uganda, Afrika yepfo, reta zunze ubumwe za amerika, Tanzaniya, reta iharanira demokrasi ya Congo, ubudagi, ubwongereza, Pays bas, abaserukira amashirahamwe nka ONU, CIRGL, ubumwe bwa afrika, abaserukira imigambwe n’amashirahamwe yo mu burundi acuditse n’ubutegetsi.  Uwuserukira umugambwe CCM uri kubutegetsi muri Tanzaniya akaba ariwe yashikirije ijambo kw’izina ry’abatumire aho yamenyesheje ko umugambwe aserukira ushigikiye kandi ufashe mumugongo CNDDFDD.  Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yafashe ijambo abanza gusaba abaraho kwibuka abaguye kurugamba rwatanguye mumwaka wa 1994, urugamba yavuzeko rwari rwiza naho rwatwaye intwari nyinshi. Amenyeshako ivyo baje gukora imana yabirangije vyose.  Tubamenyesheko inyuma y’amajambo haza kuba umwanya abatari
mubanyamugambwe 1700 bitavye ngo batore uwuzokwitoza mukibanza c’umukuru w’igihugu
bahava bataramuka.  Mukurikirane Ikinyamakuru Itara  Burundi kuri www.itaraburundi.com turaza
kubashikiriza uwuzoba yatowe ngo azokorere mungata Petero Nkurunziza.  Inyuma yo kumutangaza hategekanijwe imyiyerekano y’imbonerakure
aho bivugwako bishitse hagatorwa uzo zitagomba zishobora guheraho zimwiyamiriza
gurtyo haje uwo Petero Nkurunziza abonako azomworohereza, amaterefona y’abari
gutora yose akazoba azimije kugira uwutangazwa atangazwe n’ababifitiye ububasha ?
Burundi : Clément Nkurunziza yaraye asabiwe umunyororo wo guherayo ataburanye.
Urubanza rwa Clément Nkurunziza yirukanywe muri Amerika kumwaka uheze yimwe ubuhungiro kubera ivyaha yagirizwa rwaraye ruburanishijwe i Ngozi aho apfungiwe ejo kw’igenekerezo rya 22/01/2020. Yunganiwe n’abamuburanira, Clément Nkurunziza akaba yarase kuburana imbere ya sentare nkuru ya Mukaza aho yari yamusanze i Ngozi; Bakavugako urwo rubanza rurimwo utunenge twinshi, ko sentare atabusha bwo kuruburanisha ifise mur’iki gihe. Sentare inyuma yo gushira mu mwiherero izo ngingo Clément yavugako zitayemerera kubandanya iruburanisha ikaba yahisemwo kubandanya iburanisha Clément Nkurunziza. Clément Nkurunziza yasavyeko sentare yomuha kopi y’urubanza yaciye mumwiherero ngo akabanze yunguruze urubanza ariko sentare ikaba itahaye agaciro ivyo asaba nawe be n’abashingwamanza biwe baciye banuma barukurikirana nk’abarorerezi. Ministére public ikaba yamusabiye urubanza rwo guherayo sentare ica irushira mumwiherero.  Tubamenyesheko urubanza rwa Clément Nkurunziza yagirizwa kuba yarishe abanyeshure bo muri kaminuza y’uburundi 1995 aho yararongoye ishirahamwe ry’abanyeshure ASSER be n’urubanza rw’abagirizwa urupfu rwa Ndadaye Melchior 1993 arizo reta y’uburundi yahisemwo kuburanisha mubwicanyi bwose bwaranze intambara yamaze imyaka cumi(1993-2003) bamwe bakabonako ari imanza za politike zociwe uburundi buri mumahoro n’umugwo wo kunywanisha abarundi no kurekuriranira CVR umaze kurangiza igikorwa cawo.
Burundi : Petero Nkurunziza azoba aruta umukuru w’igihugu azomusubirira.
Mu nteguro z’amategeko 2 inama nshingamateka yemeje kuruno
wa kabiri igenekerezo rya 21 nzero 2020 azotuma umukuru w’igihugu atekererwa
amafaranga menshi kandi akazoguma ahembwa ubuzima bwiwe bwose. Mugihe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarasanzwe yaragomwe n’umugambwe CNDDFDD aturukamwo ngo awubere imboneza yamaho, ubu naho umushikiranganji w’ubutungane Laurentine Kanyana yasavye inama nshingamateka ko yotora itegeko rimutandukanya n’abandi bakuru bigihugu batwaye canke botwara biciye mu biganiro canke batembagaje intwaro. Akaba yadugijwe kw’igarade ry’umurongozi w’akararoro ibizotuma ashobora kwamana ijambo rikomeye mugihugu.  Hambavu y’ivyo,  inama nshingamateka yaratoye integuro y’itegeko riha uburusho umukuru w’igihugu ahejeje ikiringo ciwe neza; Aha ikaba yatoyeko azotekererwe amafaranga aziye hamwe umuriyaridi (1 000 000 000FBu).   Umuriyaridi w’amafaranga y’amarundi  akaba angana n’umushahara w’uwohembwa imiriyoni zitanu kukwezi (5 000 000FBu/mois) ikiringo kirenga gato imyaka cumi n’itandatu, akangana  n’umushahara w’ukwezi kumwe w’abakozi 5000 boba bahembwa amafaranga ibihumbi amajana abiri (2000000FBu/mois) akangana kandi n’amafaranga ikomine imwe yokoresha ikiringo c’imyaka ibiri ihawe bungana n’imiriyoni amajana atanu (500 000 000FBu/an) zihora zihabwa kumwaka.   Kiretse uwo muriyaridi azotekererwa, uwuzoba yahejeje ikiringo c’umukuru w’igihugu neza, azobandanya ahembwa amafaranga angana n’umushahara w’umushingamateka w’ico gihe ateranijweko n’ica gatatu c’ayazoba ahembwa umushikiranganji wambere. Ari nkahamwe umushingamateka yoba azohembwa 3 000 000FBU umushikiranganji wambere agahembwa 6000 000 kukwezi , Petero Nkurunziza azoca ahembwa imiriyoni zitanu zitanu kukwezi (5 000 000 FBu) ubuzima bwiwe bwose.  Ikindi n’uko azoca yubakirwa ikirimba mu buryo bwa reta kandi ikazoca imuha ivyazokenera vyose mukubaho haba muguhemba abakozi n’ivyo gufungura(intendence mugifaransa).  Tubamenyesheko iryo tegeko niryasinywa rizoba risubiriye iryari ryarasinywe kw’igenekerezo rya 9 Kigarama 2004 aho ryemerera uwuhejeje gutwara igihugu kuba umukenguzamateka ubuzima bwiwe bwose. Ivyo ntivyabujije inama nkenguzamateka ihari ubu guhagarika ubwo burusho bwahabwa abahoze ari abakuru b’igihugu ivugako ari ugusesagura amafaranga ya reta ihemba abataba batowe n’abanyagihugu naho atategeko risubirira iryambere ryari bwajeho.
Burundi : Abategetsi baturuka muri CNDDFDD bariko baritekerera mu kwiba abanyagihugu.
Inyuma yo kwumva ko mubutegetsi bwa CNDDFDD buzoba inyuma y’amatora ya 2020 abategetsi bubu batazobujamwo, bamwe bwamwe bo mur’uwo mugambwe batanguye kwiba abanyagihugu ayo kwitekerera babicishije muma koperative n’amashirahamwe atandukanye yaba ayigenga canke aya reta.  Amakuru dukura mumugambwe uri kubutegetsi, CNDDFDD amenyeshako nka Club VASO (Valorisation du Sol) ariyo igezweho mukwegeranya amafaranga. Ubwambere igishingwa, iyo Club y’umugambwe uri kubutegetsi yar’iyabashingamateka, abakenguzamateka hamwe n’abakozi ba reta bakuru bakuru baturuka mur’uwo mugambwe gusa mugihe Koperative Sangwe nayo yari kujamwo abakozi ba reta, b’amashirahamwe, abikorera hamwe n’abanyagihugu bo hasi. Ariko uko imisi yagiye irahera basanze koperative Sangwe ariyo irimwo benshi ariko kubera yagiye iravugwamwo amanyanga kandi n’abatari abanyamugambwe barayishizemwo amafaranga yabo, Club VASO niko gutangura gukorera mubanyagihugu batobato nayo, ubu rero abanyamugambwe CNDDFDD ntibahema, baguma basabwa gukorera ayo mashirahamwe no gutanga intererano babwirwa ko bategerezwa kwitegura kugira abanyamugambwe bashikire ubwigenge mubijanye n’ubutunzi ariko nabo bakidoga ko batazi iyo amafaranga batanga ajanwa. Haravugwa kandi amashirahamwe ya reta n’ay’abikorera utwabo ariko araduza ibiciro uko bukeye uko bwije, bikavugwako abayarongoye babanza kwemerera abategetsi bo hejuru amafaranga kugira bikunde begeranye inyungu z’umurengera,bazoronke ayo bitekerera.  Aha hakavugwa abapolisi, abakozi ba OBR na OTRACO batanga impusha zisabwa abagendesha imodoka n’ama moto, aho ibiciro vyaduze kurugero batari bwabone, isima ya BUSEKO igeze kubihumbi mirongi ine (40000FBU) itari kurenza 28000FBU kumufuko hamwe n’intererano ziriko zirakwa n’abategetsi batandukanye harimwo n’ukwitwa Victor Ndabaniwe arongoye COSSESONA.  Victor Ndabaniwe wewe akoraniweko n’amabanga menshi kuburyo namwe mubakora mugisata c’indero bamubonye bamubonamwo Petero Nkurunziza kubera basanzwe bava hamwe bakicurako mumararanga yegeranya aba ariwe yayamutumye.  Tugerageje kuvuga amwe muyo bamuvugako n’aya; Hambavu ya Victor Ndabaniwe havugwa kandi François Hakizimana, umuhanuzi mubiro vy’umukuru w’igihugu akaba ariwe aserukira ishirahamwe Crowd1 Burundi na François Xavier Ndaruzaniye ari mu bategetsi b’ikibuga c’indege citiriwe Melchior Ndadaye c’i Bujumbura, arongoye AIM Grobal Alliance mu Burundi akaba anari mubatanguje Crowd1 ndetse n’abandi  benshi bakora ivyo kwegeranya amafaranga y’abanyagihugu mu mwidegemvyo ntangere kandi abanyagihuhu basemerera ntihagire igikorwa, bikavugwako abo baba batumwe bagaheza bagashikana amafaranga kubihangange vy’umugambwe uri kubutegetsi bidaheza ngo bigaragare ko birimwo. Nk’akarorero, umushikiranganji w’umutekano CPG Alain Guillome Bunyoni yarateye ivyatsi ishirahamwe Crowd1 ndetse n’ikigo gishinzwe kworohereza abanyamitahe API kikaba cavuzeko « kwandikisha ishirahamwe ninko kwandika umwana avutse » kikavugako giheza kikabarungika kubabijejwe kugira bakore bisunze amategeko ariko nticabujijeko hari ababandanya badadaza gushikaho nk’uwo François Xavier Ndaruzaniye yifatira mugahanga uwo mushikiranganji avugako nawe afise abamukurira atariwe mugenerari wenyene, ko harimwo abandi batazokwemerako amafaranga yabo ahera muri Crowd1.  Bikaba biruko mugihe na banki nkuru y’igihugu BRB, ijejwe gutanga impunsha z’abashaka gushinga amashirahamwe adandaza amahera yiyamirije urudandazwa nkurwo. Ariko abariko barakora urwo rudandazwa ari ibihangange vyegereye umukuru w’ihugu Petero Nkurunziza, abantu baca babihurumbira bizerako kubera bafise amabanga bagenwemwo atokwubahuka gukorana n’abasuma kandi ari umukuru w’igihugu.Amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi akavugako mu mugambwe CNDDFDD igituma bariko baritekerera ar’uko hari ubwoba bwinshi aho bumviyeko Petero Nkurunziza yahinyanyuye ibijanye n’uko umugambwe uzotwara igihugu inyuma y’amatora yo guhera mukwagatanu 2020, amatora babwirwa kandi bakigisha ko yamaze guhera hasigaye kwemeza gusa, bakumvako hazoterwa amaraso mashasha munzego zose zifata ingingo, rero umwe wese agaca agerageza uko ashoboye akegeranya amafaranga azomutunga atakiri mumabanga. Tubibutseko hategekanijwe igikorane kumagenekerezo ya 23, 24 na 25 nzero 2020 azosozererwa buca haba kw’igenekerezo rya 26 nzero 2020 ikoraniro kaminuza ry’uwo mugambwe aho bazoca bemeza uwuzokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, bamwe muribo bakavugako umushingamateka Persille Mwidogo yama avugako yeretswe ko atawundi atari Petero Nkurunziza azotwara uburundi gushika arushe, ko n’abandi bavugishwa bazoba batumiwe mumasengesho bashobora gutegekwa kuvugako beretswe nk’uko gurtyo Petero Nkurunziza akabandanya atwara, bikazoca bimworohera kwigizayo ibihangange vyamusumbije inguvu vyitwako yatowe n’Imana atamuntu yoyivuguruza. Tubamenyesheko umumenyeshamakuru wa Radio Isanganiro muntara ya Karusi Blaise Pascal Kararumiye araye ijoro ryiwe rya kabiri mugasho ka komisariya y’igipolisi ngaho i Karusi yagirizwa kuvuga amakuru y’itunganywa nabi rya Koperative Sangwe ngaho mu ntara. Akaba yafashwe kumusi wejo igenekerezo rya 16 nzero 2020 inyuma yo kwumvirizwa n’umushikirizamanza wa republika muntara ya Karusi nyene.
Inama nshingamateka y’ubumwe bwa bulaya yemeje ingingo zikomeye ku Burundi
Kur’uno wa kane igenekerezo rya 16 nzero 2020, inama nshingamateka y’ubumwe bwa bulaya yemeje ingingo zikomeye ku Burundi aho isaba reta y’uburundi kureka abamenyeshamakuru, abaharanira agateka ka zina muntu Hamas n’abanyepolitike batavuga rumwe n’umugambwe CNDDFDD bakishira bakizana nk’uko amasererano atandukanye reta  yashizeko umukono abisaba.  Muri izo ngingo zafashwe, abo bashingamateka babanje guca hirya no hino uko uburundi bwifashe mubijanye n’agateka ka zina muntu, ubutunzi, politike n’imibano na canke cane ibijanye no gushikiriza ivyiyumviro n’amakuru(Liberté d’expression). Bakavugako bimaze kugaragarako uburundi buri kwisonga mubihugu bikenye kw’isi kurusha ibindi, ko buri muvyanyuma mubijanye n’ubwigenge bwo kumenyesha amakuru hamwe nuko ibice 50% vy’abarundi bakeneye imfashanyo yihuta kubera bari mubukene ntangere.  Abo bashingamateka babonako atamatora meza, atekanye, yizewe na bose azoshoboka mugihe abarundi benshi bari mu bwoba, atabwigenge bwo gushikiriza amakuru burangwa mu Burundi ndetse bakabonako reta ibandanya ikandamiza abatavuga rumwe n’umugambwe uri kubutegetsi.  Abo bashingamateka barasaba reta y’uburundi kwemera hagashigwa mungiro ingingo yafashwe n’inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano (Résolution 2303), kurekura vuba bwango, atakirinze gusabwa abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru iwacu bafashwe kuva kw’igenekerezo rya 22 gitugutu 2019 bafashwe bagiye gutohoza amakuru mu ntara ya Bubanza hamwe n’abandi bapfungiwe ivyiyumviro vyabo, kwemera kwugurura urubuga rwa politike, kworohereza abanyepolitike bashaka gutahuka bagataha mumahoro atagutsure canke iterabwoba, ikareka amaradiyo yakera ndetse n’ayagezweho agakorera mu mwidegemvyo.  Abo bashingamateka barasaba reta y’uburundi kwemera ko amashirahamwe ashaka gufasha abanyagihugu ngo abikora akurikije uko abarundi bakenye kurusha abandi kandi mu mwidegemvyo.  Abashingamateka b’ubumwe bwa bulaya basaba ibuhugu bigize ubumwe bwa buraya gufasha impunzi z’abarundi no kuziha ubugungiro bitabagoye kandi ko vyofasha ibimenyeshamakuru n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu n’ay’abakenyetsi ari mu Burundi n’ayahunze adahengeshanya gusemerera no gushikiriza uko agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi. Abo bashingamateka basaba ko akarere ka afrika y’ubuseruko, ishirahamwe ry’ubumwe bwa afrika n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kwibuka ko arivyo vyahagarariye amasezerano y’amahoro no gusubizahamwe yashiriweko umukono i Arusha mumwaka wa 2000 bigafasha bimwe biboneka kugira amahoro agaruke muburundi.
#Burundi: Uwozoserukira umugambwe uri ku butegetsi CNDDFDD ngo azotangwa n’imana.
“Uhoraho niwe agira ngw’abarwanire, namwe ni mwinumure gusa ..” ivyo tubisanga mu butumire bwo kwitaba igikorane categuwe n’umugambwe uri kubutegetsi CNDDFDD kizoba kumagenekerezo ya 23,24 na  25 nzero 2020 mu ntara ya Gitega bwatanzwe na Gnl Mjr Évariste Ndayishimiye, umunyamabanga mukuru wawo.  Hamaze imisi havugwa abantu benshi ngo bazoserukira umugambwe CNDDFDD mu matora y’umukuru w’igihugu azoba mu kwezi kwa gatanu igenekerezo rya 20, 2020 aho ndetse benshi baguma bavuga Général Major Évariste Ndayishimiye alias Never, Itara Burundi tukaba twumvise izina rya Gabriel Nizigama batazira  Tibia, hari abavuga ko ari Pierre Nkurunziza azogaruka ku butegetsi abandi bakavuga umutambukanyi wiwe,….  Amakuru dukura mur’uwo mugambwe uri ku butegetsi amenyeshako hateguwe igikorana kumagenekerezo ya 23,24 na 25 nzero 2020 aho hazokoresha abantu ngo bazovugishwa ko umukandida wa CNDDFDD atawundi aruwo imana ishaka ngo kuko uwo mugambwe wayishize imbere. Gurtyo izina rizotangwa abe ariryo abanyamugambwe bemerewe gutora bazoca bemeza atagahigihigi kw’igenekerezo rya 25 nzero 2020, babwigwako ataguhinyuza imana.  Ayandi makuru akatumenyeshako imipira n’inkofero vyo kwiyamamaza vyamaze gukoreshwa n’umugwi washinzwe ngo utegure ivy’amatora muri uwo mugambwe ko ari nawo wahisemwo ubwo buryo bwo gusenga kugira abanyamugambwe ntibahave bacanamwo bapfa ikibanza c’uwokwitoza mu ikibanza c’umukuru w’igihugu. Aho ngo vyoba vyabaye inyuma yaho bumviyeko ari hamwe Petero Nkurunziza atotorwa ngo yiyongeze hari imigumuko y’imbonerakure zoca zija mwnibarabara zikamusaba ngo n’abandanye atwara.  Tubamenyesheko Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu mw’isengesho yasenze mugikorane kirangiza umwaka wa 2019 yasavye imana ko yotora uwuzoba umukuru w’igihugu nabo bakazoja kwemeza gusa kw’igenekerezo rya 20/5/2020, navyo bikaba huye n’imirongo yatanzwe ngo izobe urufatiro mur’ico gikorane kiriko kirategurwa iri mugitabu ca bibiriya, Kuvayo 14:13-20, bikaba vyoba bisigurako abafise uburenganzira bwo gutora bazoca babuhebera imana akaba ariyo itora uwuzokwitoza mukibanza c’umukuru w’igihugu nabo bemeze gusa.  Abakurikirana ibintu n’ibindi bakabonako ari uburyo bwo kugura imitima(achat de consciences) navyo bigashirwa m’urutonde rwo kwiba amatora.
Burundi: Urunani rw’abigenga Amizero y’Abarundi rwahakanye ivyavuye mumatora y’ibwirizwa nshingiro
Mugihe ejo kw’igerekerezo rya 17 rusama 2018 wari umusi w’amatora y’ibwirizwa nshingiro  mu Burundi, amatora yamaze kumenyekana ivyayavuyemwo mfatakibanza Ego yatowe kubice 74.18% mugihe Oya yatowe kumanota 19.6% muntara 18 zigize igihugu, abari muriyo bashikirije aho bahagaze kumajwi yavuyemwo. Uwuserukira umugambwe UPRONA wemewe na reta, Abel Gashatsi yasohoye urwandiko aho yashimye ivyavuye murayo matora y’ibwirizwa nshingiro mugihe Agathon Rwasa wewe murwandiko yasohoye yerekanye amakosa yagiye araranga ayo matora. Mwitangazo ryasohotse kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 18/5/2018 n’urunani rw’Abigenga Amizero y’abarundi berekanye ko ayo matora atari yubahirije ibisabwa ngo yitwe amatora yo mu mwidegemvyo aho berekanyeko kandi abanywanyi babo batotejwe ndetse umwe akanicwa muri komine Ntega intara ya Kirundo. Bakabandanya bavugako ayo matora kubera atabwigenge canke umuco vyayaranze ko batemeye ibiharuro vyayavuyemwo ahubwo bagasaba umugwi wigenga ujejwe amatora mu Burundi ko woyafuta ugatunganya ayandi matora meza atunganijwe neza nk’uko amategeko agenga amatora abivuga. Bakavuga ko bariko baregeranya ivyemezo vyose vyaranze ayo matora ko yaranzwemwo amahinyu. Agathon Rwasa yasinye kuri iryo tangazo akaba yarangije asaba abanywanyi biwe n’ab’urwo runani bose aho baherereye kubandanya batekanye kandi bafatanye munda. Tubamenyesheko abatari bake bo muri urwo runani bapfunzwe mu ntara zitarinke aho mbere nko mu ntara ya Bururi bapfunzwe uwuruserukira mu ntara, Mwaro naho hakaba hafashwe umunywanyi w’urwo runani afise impusha z’abahagarikizi barwo bari gucungera amatora hakaba rero atanumwe yashoboye guhagarikira ayo matora atari abatanzwe n’umigambwe CNDDFDD n’abawushigikiye. Kurikirana uko twagiye turabibashikiriza uko amatora yariko aragenda ejo kuri twitter yacu mu gufyonda ngaha
Burundi : Amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro arateye impungenge
Mugihe reta ya Petero Nkurunziza ibandanya yitegurira amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, abarundi n’amakungu babandanya berekana ko ayo matora adakwije ibisabwa. Mwitangazo umugambwe SAHWANYA FRODEBU  wasohoye urerekanako ayo matora aje ahonyanga amasezerano ya Arusha yo mushinge w’ibwirizwa nshingiro ryahahora ryari ryatowe mu mwaka wa 2005; kubwa Bamvunginyumvira Frédéric yasomye iryo tangazo, iryo bwirizwa nshingiro ririko rihindurwa mugihe kitarico kandi uwo mugambwe FRODEBU ugiye kurondera abahinga bowufasha kwitura ubutungane kuko umugambwe CNDDFDD washize ahabona ubicishije kuri Melchiade Nzopfabarushe  ngo wo kwica abatavuga rumwe na CNDDFDD muvyo yavuga bagiye kuzohinyanyura munama nshingiro impinyanyuro atanumwe azozimenya. Itangazo ry’umugambwe SAHWANYA FRODEBU Reta zunzubumwe za amerika nazonyene zarashize ahabona itangazo rimenyeshako ihindurwa ry’ibwirizwa nshingiro rigira ribe mugihe kitabereye aho zimenyesha kandiko zihagaritswe umutima n’uyo mugambi wa reta co kimwe n’abepisikopi ba katorika mu Burundi aho nabo nyene basohoye itangazo nkiryo biyamiriza iryo hindurwa ry’ibwirizwa nshingiro hariho abarundi barenga igice c’umuriyoni bahunze badashobora kugira ico barivugako. Bakamenyeshako bahagaritswe umutima niryo hindugwa ry’ibwirizwa nshingiro ariko bakavugako amatora arinze aba ko yoba mumutekano abarundi bakamenyako amatora aheze ubuzima bubandanya. Tubamenyesheko ayo matagazo yose yasohotse muntango z’iyi ndwi kandi ko kw’igenekerezo rya mbere z’ukwagatanu 2018 kwiyamamaza vyatanguye ku mugaragaro, vyerekanako uwo mugambi ubandanya naho wiyamirizwa n’abatari bake.
Burundi : Ibwirizwa nshingiro ntiriko rihindurwa n’abanyagihugu canke ku nyungu zabo ahubwo ni Petero Nkurunziza agomba arihindure ku nyungu ziwe bwite. #BSI
Ishirahamwe Burundi Soridarity Internationale (BSI) ryarungikiye ubutumwa abasirikare n’abapolisi b’uburundi kw’igenekereza rya 15 ruhuhuma 2018 ribahamagarira gukingira inyungu z’igihugu z’igihugu zoye gukingira inyungu z’umuntu umwe n’akagwi kiwe. Mu rwandiko rw’impapuro indwi BSI ritanga uburumwa ku nzego z’igisoda n’igipolisi ngo kuko arizo zampaye umwambaro w’igihugu kandi arizo zishinzwe amahoro n’umutekano. Ribamenyesha ko guhindura ibwirizwa nshingiro mugihe hari ingorane zifatiye kuri politike n’imibano bizotuma igihugu kigwa mu manga aho Petero Nzurunziza azoca yiyimika bushasha n’umwami ntayegayezwa. Rirabibutsa ijambo Barack Obama yababwiye mu mwaka wa 2005, akiri Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika aho yavuze ati: «  Mwarafashije kugarukana amahoro muri Afrika. Ubu mutegerezwa kugarukana amahoro iwanyu, mutivanze mu ngorane za politike mugukingira abanyagihugu bo mu   Burundi. Ibuka ivyo mushobora gukora ivyo muroye hamwe. Muri umwe. Harageze ko muhaguruka mugatangura igikorwa c’ubumwe naho kitoroshe » Rikabibutsa ko amasezerano y’i Arusha niyo yavyaye ibwirizwa nshingiro, nkuko babirahiriye biyemeje guhagararira amahoro n’umutekano kuri bose. Badacagura, kandi bafise uruhara kw’ibwirizwa nshingiro, mu gukunda igihugu hamwe no gucungera umutekano w’abarundi bose atawuvuyemwo. Bikaba vyobahesha agaciro barengeye amabi Petero Nkurunziza yinjije mu gipolisi no mu rwego rujejwe iperereza. Rikavuga ko kuva 2005, yinjije mur’izo nzego ingeso yo kwivanga mu vya politike kugira azisambure hanyuma asazire ku butegetsi. Ariko naho bimeze gurtyo, abanyagihugu naho atagateka kabo katacubahirizwa, baracazitezeko ubutwari, inguvu, imvo, ukubanganisha no gukunda igihugu mu kugarukana amahoro mu Burundi. BSI irabwira abajejwe umutekano mu Burundi ivyerekeye ihindurwa ry’ibwirizwa nshingiiro ko rije kubakurako ubuhinga bahorana n’ubwigenge bw’inzego zabo, aho mbere n’isura bahorana mu makungu rigiye gufudika. Rikavugako ikibabaje ari uko imishahara y’abasirikare n’abapolisi yama itangwa itevye mugihe imiryango yabo yamana ubukene butagira izina kandi kizigenza wabo ariko yegeranya amafaranga azomufasha muvyo yise amatora ya 2020 aho atwara amadorari amajana atanu (500USD) ku muntu umwe. Iryo shirahamwe rikabasaba guhagarara neza kuko ihindurwa ry’ibwirizwa nshingiro ritaje guhindurwa kubw’abarundi canke inyungu zabo ahubwo rije guhindurwa na Petero Nkurunziza n’akagwi kiwe kunyungu zabo. Ribabwirako ahubwo bari kuba bamaze kubibona imbere yigihe, kuko iryo bwirizwa nshingiro rigiye guhindurwa ngo inzego zabo zibe ibikoresho vy’umugabo umwe n’umuryango wiwe nkuko yavyiteguriye kuva agiye ku butegetsi. Rikababwira ko hariho Club yise NONOKA kugira abahoze bagwana muri FDD bagume batanga amategeko muri izo nzego, ukuntu habayeho ivyitwazo vyo gutembagaza ubutegezi nk’imikenyuro yo gupfunga abari barakoreye igihugu rigatanga uburorero bw’abigeze gufatwa amasanamu na Tereviziyo y’igihugu mu mwaka wa 2007 ari navyo vyafashije kugira Nkurunziza amenye abansi n’abakunzi biwe. Rirabibutsa ukuntu Petero Nkurunziza yagerageje gucafuza inzego zabo igihe Colonel Vital Bangirinama yamarira aba FNL muri Ruvubu.  Rikababwira n’ukuntu Petero Nkurunziza yafashe nabi inzego z’umutekano akazigaya gushika naho ashinga umugwi w’imbonerakure, zishobora gufata umusirikare w’igihugu zikamwambura umwambaro, zikamukukubagura ndetse no kuja munzego zija kugarukana amahoro hanze zikarungikwa mu mwambaro wazo mu buryo bwazo. Rigatanga akarorero ka Juvent Nduwimana yiyemerera ko yagandaguye ababikira batatu b’aba tariyano  bakorera mu Kamenge aho yari yarungitswe mu butumwa bwo kugarukana amahoro muri Somaliya yiswe ingabo y’igihugu c’u Burundi. Iryo nshirahamwe riributsa ukuntu Petero Nkurunziza yazanye ka mwana wa Mama kugira yifatire mu ntoke ubutegetsi bwose azosazire muri ico kibanza mu gushiraho imigwi itonye kurusha iyindi mu basoda n’abapolisi rigatanga akarorero ka API, Brigade imucungerera ubuzima, igipolisi kijejwe kugwanya imigumuko n’ibindi. Iryo shirahamwe “Burundi Solidarity International” rirangiza ubutumwa bwaryo rihamagarira inzego zijejwe amahoro n’umutekano mu burundi gukorera ineza y’abanyagihugu. Gucungera amahoro n’umutekana w’abarundi n’abanyamahanga baba mu Burundi. Guhagararira amasezerano y’i Arusha kuko asenyutse igihugu kizokwama mu marushwa. Rikabibutsako bafise akazi gahambaye ko gukingira abarundi hakurikijwe amategeko ribasaba gukubitiza agatima kuri benewabo bariko baratotezwa bafatirwa ku gakanu gutora EGO ngo ibwirizwa nshingiro rihinduke ku nguvu z’inkota hanyuma Petero Nkurunziza abandanye asahura igihugu yongera atwaza umukazo. Uwashize umukono kuri ubwo butuma ni Libérat Ntibashirakandi, PhD. Arongoye akongera agaserukira ishirahamwe « Burundi Solidarity International »
Abanyagihugu bo mu Burundi baracurwa bufuni na buhoro bakongera bagatozwa intererano zo gufasha reta itwaza umukazo, raporo y’ukwezi kwa nzero ya @FORSC_BURUNDI
Nkuko rwama rusohora raporo uko ukwezi gutashe, urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya polikike FORSC rwasohoye raporo y’ukwezi kwa mbere. Muri iyo raporo havugwamwo uko ubutegetsi bw’i Bujumbura bumaze imisi buhimiriza kuzotora EGO mu matora yimirije yo guhindura ibwirizwa nshingiro, butera ubwoba, buturubika, bupfungira abantu ubusa bwongera buboreza igufa uwo wese yiketswe ko adashigikiye uwo mugambi wo guhindura ibwirizwa nshingiiro ry’uburundi. Iryo shirahamwe rivugako abanyagihugu bariko abazira uwo mugambi umaze ukwezi utangujwe wo kwigisha ngo ibwirizwa nshingiro rihindurwe. Petero Nkurunziza ngo akaba yararahiye ararengwa ko umwaka wa 2018  ari umwaka w « ibihano » ry’abo yise « intumva »  mu kirundi rigasobanura mu gifaransa « sourds », « têtus » canke « récalcitrants ». Raporo ivugwamwo uburorero 17 bw’ihungabanywa ry’agateka ka zina muntu nk’uko twabivuze aho hejuru gushika nako haterwa ubwoba abihebeye Imana, ivyo vyose bigatumwa n’uwo mugambi wo guhindura ibwirizwa nshingiro. Iyo raporo iravuga kandi itangazo n° 01/2018 ryo kuwa 19 zero 2018, ry’umushikiranganji w’ubutare n’agataka  Côme Manirakiza riduza ibiciro vy’ibitoro aho ivyo mu bwoko bwa essence super na gasoil bisigaye bigurwa F 2 250 mu gihe petorori igurwa F 2 000. Essence na gasoil vyadugijwe amafaranga  150 peterori nayo iduzwa amafaranga 200. Imbere y’uko ivyo biciro biduzwa hakoreshejwe uruyeri rwo gutuma habura ibitoro aho wasanga ku ma stations huzuye imirongo y’abarindiriyye ibitoro. Ikibabaje nk’uko FORSC ribandanya ribivuga n’uko naho vyadugijwe ibiciro, ibitoro biguma ari umuzi w’ibuye. Rivugako ibiciro vy’ibifungurwa navyo vyaciye biduga kubera iryo duzwa ry’ibitoro. Intwaro ihari irirengagiza igisata nkoramutima c’ubuzima bw’igihugu mu kucinzizamwo ivya poritike bimwe biteye ubwoba ; Abigisha bamaze imisi bahohoterwa, bakorerwa amabi atuma badakora umwuga wabo mu mahoro n’umutekano mu kazi kabo ka misi yose. Bamwe mbere no kwirukanwa bakanirukanwa bikaba bibabaje mugihe ivyo vyose biriko biba hari ubukene budasanzwe bw’abigisha mu mashure bigatuma abanyeshure bagwa mu mporero nk’uko iyo raporo ibandanya ibivuga. Iyo raporo ikaba idasiga inyuma igisata c’amagara y’abantu aho ivuga abagwayi barenga amajana ane (400) bagwaye marariya muribo hagapfamwo abashika icenda (9) mu bitaro bikuru vy’intara ya Ngozi muri ukwo kwezi kwa nzero gusa 2018.  Ikavugako abarongoye ivyo bitaro bamenyeshako imiti bahabwa ngo bahe abagwaye itameze neza. Iryo shirahamwe rikibutsa ko marariya yafashwe nk’ikiza mumwaka wa  2017 (Epidemie) imaze guhitana abantu barenga 3000 mu miriyoni indwi bari bafashwe n’ico kiza. Umushikiranganji w’amagara y’abantu akaba yarishimye ko yashoboye guhagarika ico kiza ca marariya ariko inguvu zikaba zigikenewe muri ico gisata nk’uko iryo shirahamwe ribandanya ribivuga Imbere y’uko risozera iyo raporo, ishirahamwe FORSC ryemeza ko rifise amakuru y’ikwiragizwa ry’ibigwanisho mu rwaruka rw’imbonerakure bitangwa n’ubutegetsi mu ma zone ya komine Gitega, aho Valentin Nahimana, arongoye iyo komine hamwe n’umunyamabanga w’umugambwe CNDDFDD muri komone Eraste Ntahondi aribo bari bahagarariye ico gikorwa ndetse umutumba wose ukaba waruserukiwe n’urwaruka ruje gutora ibigwanisho. Mu rwaruka rwaronkejwe ibigwanisho havugwamwo : ku mutumba Bwoga: Felix Ndarubone, ku mutumba Mukanda: Cubwa Julien, ku mutumba Mubuga: Emmanuel Ntakarutimana. FORSC irangiza raporo yayo isaba reta guaharika akatotezo igirira abanyagihugu, isaba abanyagihugu kwirinda gukurikiza inyigisho z’amacakubiri birigwa bararonswa, igasaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ishirahamwe ry’ibihugu vya afrika, UA n’iryibihugu vya afrika y’ubuseruko kubuza Petero Nkurunziz    a guhindura ibwirizwa nshingiro no kufasha kugira batabare abanyagihugu baronke amahoro. Rigasaba sentare mpuzamakungu kunyarutsa amatohoza ngo abakoze amabi bahanwe vuba Tubamenyeshe ko mukeneye gusoma iyo raporo yose mwoca kuri forscurundi.org canke mufyonde NGAHA muyibike munyabwongo zanyu canke muma terefone
Intumwa za reta ya Nkurunziza zigina intsinzi mw’isamburwa ry’ishengero rya Pentekote ry’i Nyanza-Lac
« Ngirango musitanteri bamutumiye mu manama umwungere azoza aramutiza imodoka » ivyo vyavuzwe na musitanteri wa komine Nyanza-Lac, Jean Claude Nduwimana, uwararongoye intumwa za reta mu gikorane catunganirijwe mw’ishengero rya pentekote ry’i Nyanza-Lac muntumbero yo gushimira intwaro ya CNDD-FDD kw’igenekerezo rya 07 nzero 2018 ko yivanze muvy’itunganywa ryaryo rigahindura inzego. Amashengero ya pentekote mu Burundi yamye kuva ashingwa yitandukanya n’ayandi mu ngeso n’ukuntu abayoboke bayo bifata na cane cane iyo hageze kwiyamamaza mu migambwe canke mu ndyane za politike zagiye ziribonekeza naho atamwonga ubura isato gusa iba idahizwe. Mu mwaka uheze wa 2017  niho umugambwe uri ku butegetsi watera intambwe ihambaye mukwinjiza  iryo shengero muri politike nk’uko wabikoze muba isaramu barongowe na  Kajandi Sadiki  mu kwimika pasitori Jonathan Kidebuye ngo atware misiyoni y’ishengero rya pentekote i Nyanza-Lac mu bumanuko bw’u Burundi mu ntara ya Makamba kw’igenekerezo rya  11 kigarama  2017 aho wabicishije mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’inyigisho zo gukundisha igihugu. Hari imbere y’abakirisu n’imbonerakure ku kibuga kiri hafi y’urusengero rw’ishengero rya pentekote aho ico gikorane twababwiye cabereye aho Jonathan Kidebuye  yatangura gushimira reta y’u  Burundi  yaterereye cane mukwirukana ico bise satani be n’umutumire w’iteka w’uwo musi ,Jean Claude Nduwimana  nawe yahavuye aronka ijambo agaca anerekana intumwa za reta zari zamuherekeje nazo zikaba zari zigizwe n’aba bakurikira: -Umukuru w’ikambi rya  Nyanza-Lac, -Umunyamabanga w’umugambwe  CNDD-FDD mw’ikomone n’abagize ibiro vyiwe -Uwutwara iperereza muriyo komine ngo ajejwe kugenda arumviriza abavuga ayamuhe, -Aserukira umugambwe ku mitumba yose hamwe n’akuru b’imitumba yose igize komine Nyanza-Lac Musitanteri agifise ijambo akaba yagiriyeko yamamaza kuzotora EGO mu matora yo guhindura ibwirizwa nshingiro yongera agenda ateranije ishengero rya pentekote na misiyoni y’ikiremba nk’uko muvyuma mu majwi y’abo bagabo ari ngaha musi. Tubamenyesheko  pasitori Jonathan  Kidebuye atemewe n’inzego zirongoye amashengero ya pentekote mu Burundi ( EPBU) nkako bari bamutaramuye kw’igenekerezo rya rya  5 kigarama 2017 aho Pascal Barandagiye, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’inyigisho zo gukundisha igihugu yaca afuta iyo ngingo. Tworangiza tubamenyesha ko umugambi wo gusambura iryo shengero rigira kabiri mu Burundi muyafise abayoboke benshi inyuma y’ishengero rya Katorika ubandanya.
Burundi : Umurindi uteyubwoba woguhindura ibwirizwa nshingiro biciye mumatora urateye amakenga
Petero  Nkurunziza yaratanguje isekeza ryo guterera amatora yo muri 2020 mugutanga imiriyoni zitanu z’amafaranga y’uburundi mw’ishami rya banki ya republika y’uburundi riri i Ngozi iyo avuka kuri konti N°1110/267 igenekerezo rya 7 myandagaro 2017 mugabo haheze amezi ane gusa yaciye atanguza irindi sekeza ryo guhindura ibwirizwa nshingiro biciye mumatora y’abanyagihugu. Amafaranga yayo matora azova hehe ? Vyabaye imbonekarimwe mw’isi aho umwana w’imyaka icenda aterera amatora. Ivyo vyabereye i Ngozi aho ikibondo Mbabira Ange Gloria catwara amafaranga y’amarundi  ibihumbi ijana (F100000) kuri ya konte petero nkurunziza yuguruza ngo niyo guterera amatora ya 2020 , amaradiyo n’amatereviziyo vyari vyatumiwe mukwezi kw’icumi. Mugihe ari ikitazi, Ange yiga mu mashure matomato akaba atanemererwa n’amategeko yaba ay’uburundi canke mpuzamakungu kwuguruza ikonti muri banki canke kuja mu matora ngo yitoze canke ngo atore. Bamwe bakaba babifashe nko guteguza amatora afamaranga avuye mumanyanga navyo bikaba vyohanwa n’amategeko mugihe habaye hari ubutungane bwigenga. Abakozi ba reta, abadandaza ndetse n’imihana yose bategerezwa guterera ku nguvu amatora avugwa ngo n’ayo muri 2020 mbere n’itegeko rivuga ayo bategerezwa gutanga bivanye n’akazi bakora rikaba riheruka gusohorwa n’umushikiranganji rikanavugako hari n’abazotegerezwa gutanga umushahara w’ukwezi kwose kumwaka ku mwaka. Iyo ngingo ikaba yafashwe hatarabwe amadeni canke ubukene abanyagihugu bafise. Umukuru w’umugwi ujejwe gutunganya amatora, Pierre Claver Ndayicariye yamenyeshejeko kundwi iza bazoba bahejeje gushiraho abaserukiza uwo mugwi muntara zose z’igihugu ariko akaba ataramenyesha kumugaragaro aho ayo matora yo guhindura ibwirizwa nshingiro azobera naho bivugwa ko azoba mu kwezi kwa kabiri 2018. « Turibaza ubwoko bw’amatora atabwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro buhari canke bwo gukora politike mu burundi bikatuyobera. Ntankekako EGO izotsinda ikanazohitana n’amafaranga y’abanyagihugu menshi kuko ntanumwe yemerewe canke ariko aramamazako gutora OYA ariko ubutumwa buragaragra: Gutora EGO mw’ihindurwa ry’ibwirizwa nshingiro ryimirije ni ugutora Petero Nkurunziza muri 2020 kanatsinda n’ahazova amafaranga y’amatora ni hamwe, naho si ahandi naho badutegeka guterera amatora ngo ni ayo muri 2020.” Iciyumviro c’umunyagigu twavuganye. Tubamenyesheko atanteguro y’amafaranga itegekanijwe muri ayo matora iri mw’itegeko rigenga amafaranga reta izokoresha mumwaka wa 2018 canke ngo ishikirizwe abariko bakwa intererano kunguvu.
#Burundi: I #Gitega hariko harakoreshwa inama y’abarongoye imigambwe ngo bumvikane kw’itegeko rigenga amatora.
Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 4 nzero , mu ntara ya gitega, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihigu no gukundisha igihugu yakoraniJe inama y’abarongoye imigambwe ikorera mu Burundi kugira bumvikane kw’itegeko rigenga amatora ya 2020.  Mubiriko birigwa hakaba harimwo
amafaranga uwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu yahora atanga, imiriyoni cumi
na zitanu(15 000 000FBU) z’ingwati bakabonako zari nkeya ko vyohava bituma hitoza
benshi harimwo n’abobiyubirako, ari naco gituma ayo mafaranga boba bashaka
kuyaduza n’imiburiburi akaba imiriyoni mirongo itana(50 000 000BFU). Umushingamateka Agathon Rwasa
arongoye urunani Amizero y’aburundi  akaba avuga ko itegurwa ry’ayo mategeko
ryabaye mw’ibanga batagishijwe inama kandi ko iryo bwirizwa rije ari iryongera
ingorane mu gihugu gusumba.  Akavugako amafaranga asabwa abigenga
azoba ari  menshi cane kandi ko kubona
bayanganisha n’amafaranga y’umukandida atanzwe n’umugambwe ari uburyo bwo
kunaniza bamwe bakorohereza abandi kur’ico c’amafaranga akaba agihurizako na
Jacques Bigirimana asigaye ayobora FNL aho nawe asabako yogabanywa akaguma ku
miriyoni cumi na zitanu.  Akamenyeshako ari ugusasira indava
ubugunge n’indyane anamenyeshako politike atari iy’umuntu umwe ahubwo ari iy’abantu
benshi.  Mur’iryo tegeko haravugwamwo ko
uwuzoba yitoreza kuba mu nama mpanuzwajambo yo ku mutumba azotegerezwa kuba atacikije
canke ngo adandaze ibinyobwa bibujijwe n’amategeko.  Tubamenyesheko umugwi ujejwe amatora
wamaze gushirwaho ndetse wanamaze kwandika urutonde rw’abazotora muri 2020 rurimwo
n’abataribwakwize imyaka yo gutora ariko bazoba bayikwije ico gihe.  Ivyo vyose bikorwa mugihe abahunze
igihugu, abari mu busho ndetse n’abagiye kwiga canke mu bindi bikorwa hanze harari
ubuserukizi bw’uburundi batazoba bafise uburenganzira bwo gutora naho vyoshika
bakazoba bidegemvya canke baragarutse mu gihugu.
#Burundi: Mbega Imana yoba ibona politike y’umugambwe uri k’ubutegetsi ?
Inyuma yaho abasenyeri gatolika yo mu Burundi basohoreye itangazo kw’igenekerezo rya 25 kigarama 2018, umupfasoni w’umukuru w’igihugu agasenga avuga ivyo yeretswe kw’igenekerezo rya 31 kigarama 2018, Umwungera wa  ekreziya gatorika kw’isi yose, Papa Francisco nawene yaraye ashikirije ijambo ryerekeye politike. Kw’igenekerezo rya 01/01/2019, umusi
mpuzamakungu ugira 52 wahariwe amahoro, papa Francisco yaramenyesheje mw’ijambo
ryiwe ryasomwe mu masengero yose yo kw’isi ko politike nziza ari iyubaka
amahoro, igateza imbere ingingo ngenderwako z’agateka ka zina muntu, zituma
abantu baba bamagiriranire, gurtyo abantu bubu n’abazovuka hanyuma bakangenda
barushiriza kwizigirana no gushimiranira.  Yamenyeshejeko ingeso runtu
ziranga igikorwa ca politike ari: Ubutungane, ingingo, ukwubahana, ukuvuga
ukuri, ukutiyorobeka no kugumya ibanga. Mugihe abasenyeri gatorika bashikiriza
amajambo ajanye n’intumbero ya ekreziya kuvyerekeye politike y’igihugu barimwo,
papa wewe ashikiriza politike iraba isi yose kanatsinda iryo dini rifise
munyubako yaryo ukumenya politike akirisu baba barimwo rikongera rikagira uruhara
rukomeye mugutsimbataza amahoro nk’uko twabimenyeshejwe n’umwe mubakirisu baryo
abizi.  Ati kubona  rero abegereye ubutegetsi barasuzuguye abasenyeri
bo mu Burundi  bakongera bagafata nabi ijambo
ryabo ni icerekanako kwari ukuri, bikerekanwa n’uko  inyuma y’isengesho ryarimwo ukwerekwa rya Rév.
Pasteur Bucumi Nkurunziza batamufashe nabi kandi nawene ari umukozi w’Imana, nk’uko
yasozereye  abitubwira.  Tubajije uwanonosoye ivya
politike ico yovuga kuvyerekeye isengesho rya Denise Nkurunziza nawe nyene atashimyeko
tummwandika izina , yatumenyeshejeko atamuntu yohava yitega ivyiza kur’ayo masengesho
kuko ashobora kuba ari umugambi wa Petero Nkurunziza wo kwigiza inyuma
abomusubiriye mu kibanza c’umukuru w’igihugu . Ati kandi ntacotangaza, arihamwe Bucumi
Nkurunziza akoze nka Simone Bagbo, umupfasoni wa Laurent Badgo apfungiwe muri
sentare mpuzamakungu, inyuma yo gukora ivyaha mu gihugu ca Cote d’Ivoire ari
ummukuru w’igihugu caho mu myaka iheze.  ATI Simone Bagbo yari umuntu yiyita
umukozi w’Imana ariko umugabo amaze gupfungwa,  nawene akaba yaciye arungikirwa umutahe mpuzamakungu
wo kumufata, kubera yakunda gufasha kwumvisha abanyagihugu ibikorwa vy’umugabo
wiwe, uwo muhinga akavugako mugihe hofatwa abavuzwe kuri rurya rupapuro Bucumi
Nkurunziza avugako  yeretswe, hoba
hasigaye kuvugako Imana yahariye abasigaye bose bakoze ivyaha, aha akibazako mu
misi izoza hashobora gutunganywa ibikorane bishobora kwitirirwa gusaba imbabazi
ariko abafatwa bahejeje gufatwa.  Tubibutseko abegereye umugambwe
uri ku butegetsi na n’umukuru wawo arimwo bama bashikirizako umugambwe CNDDFDD
washize Imana mu kibanza ca mbere mu bikorwa vyayo ariko hageze aho abakozi b’Imana
bavuga ku bikorwa bibi biba biriko birakorwa hama humvikana amajambo yo kuvyita
ibinyoma, ibihuha canke gurtyoza aho naho hatasotse ivyegeranyo vyerekana
ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu.  Hoho n’imyiyerekano ica ikwira mugihugu
cose.  Ikibazo uruganda rwacu
rutararonkera inyishu n’ubu n’iki gikurikira: Mbega Imana yo mw’ijuru yoba ibona
politike y’umugambwe CNDDFDD uri k’ubutegetsi?
#Burundi : Mu mugambwe wa Rwagasore biracika.
Turetse indyane zo ku Mugumya, zamye zibica bigacika kuva aho uburundi bw’injiriye mu ntwaro y’imigambwe myinshi mu mwaka wa 1993, ubu umugambwe UPRONA uramutswa Abel Gashatsi ugeze mu mayira abiri yo kwongera kwigaburamwo ibice. Kuva aho ishirahamwe ryo kuvuza abakozi ba reta “Mutuelle de la Fonction Publique, MFP” riviriye mu minwe y’umupfasoni Konsiliya Nibigira hakagenwa umukuru w’umugambwe UPRONA, umushingantahe Abel Gashatsi ngo abe Umuyobozi mukuru waryo mu kwezi kw’umunani 2018 icuka caciye kibandanya kiba kibi muri uyo mugambwe.  Abel Gashatsi yagirizwa n’abashingantahe ba UPRONA ko yoba yaranyuruje amafaranga y’amarundi arenga imiriyoni ijana (100000000FBU) yari kuri konte y’umugambwe yegeranijwe mu banywanyi ngo aterere amatora ya 2020 ndetse na komite nkuru y’umugambwe ikaguma imusaba ama raporo y’uko amafaranga y’umugambwe akoreshwa nawe akiteza utunyoni. Abakozi bo muri Mutuelle nabo bakaba bamaze imisi bahagaritse umutima bicurako imigenderanire uyo Abel Gashatsi afitaniye n’uwujejwe ubutunzi (DAF) mur’iryo shirahamwe izohava ituma hanyuruzwa amafaranga y’abanywanyi baryo bafatiye kuvyo bamwumvako muri UPRONA asanzwe arongoye.  Ivyo bikaba bir’uko mugihe icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo nawe amaze amezi atari make yigisha abanywanyi bahora bayoboka umushingamateka Rwasa Agathon muri FNL ko boza muri UPRONA maze nawe abone kuzotsinda amatora yo gutwara umugambwe yimirije kumwaka uza wa 2019 muri UPRONA gurtyo amatora y’umukuru w’igihugu yo muri 2020 nayo azogere ariwe afise ijambo rya nyuma  azonashobore kuronswa ikindi kibanza yipfuza mu nzego z’igihugu zizoba zigenewe uyo mugambwe. Tubamenyesheko gushika ubu umugambwe UPRONA urangwamwo impande nyinshi zitumvikana; urwa Charles Nditije yahunze igihugu, urwa Ngayimpenda na Tasiyano bahoze mur’unani Amizero y’Abarundi bari basangiye na Rwasa Agathon mu matora ya 2015 hamwe n’urwo rwa Abel Gashatsi arinarwo rwemewe na reta y’uburundi ko ari umugambwe UPRONA kandi rufise amakonte n’ingoro vy’uyo mugambwe. Tubibutseko umugambwe UPRONA watwaye uburundi imyaka irenga mirongo itatu ukiri umugambwe umwe mu gihugu kandiko warufise ubutunzi bwinshi imbere y’uko igihugu gitwarwa na CNDDFDD mu mwaka wa 2005. Ubwo butunzi ariko gushika ubu bukaba bwarashwiragiye aho hamwe hamwe inyubakwa z’uyo mugambwe zisigaye zikorerwamwo ibikorwa vya reta ku buntu.
#Bujumbura : Imbonerakure z’umugambwe #CNDD_FDD zirara zirakizura zifise ibigwanisho
Mugihe himirije imisi mikuru irangiza umwaka wa 2018 i Bujumbura hari ubwoba bwo guterwa n’imigwi y’itwaje ibiganisho nk’uko ubutumwa buguma bucanacanako busaba imbonerakure kurikanura bubivuga kumbuga ngurukana bumenyi.   Mu makuru twaronse kuri uyu wambere igenekerezo rya 24 kigarama 2018 atumenyeshako imbonerakure zo mu gisagara ca Bujumbura zirara zirakizura zitwaje inkoho zo mu bwoko bwa pistolet aho bizihabwa mw’ijoro zikazisubiza mugaturuturu abantu bataratangura kuja muma barabara.  Ayo makuru amenyeshako hariho abajejwe intwaro babizi kandi hari abajejwe gutanga amategeko ari nabo baheza batanga bakongera bakabika izo nkoho.  Nko muri zone Musaga komine Muhaizo nkoho zegeranirizwa kuri zone mumutwenzi kugira imbonerakure zizirarana ntizizirirwane murango ku gutinyako hari abohava bazitorokana bakaja kwiba canke bakaja kwinjira mu mihari igwanya reta ivugwa ko iri mu gihugu kibanyi ca Congo nk’uko ayo makuru abandanya abivuga.   Ubwoba bikavugwako  ari bwinshi hagati mu banyagihugu ndetse n’abanyamugambwe uri ku butegetsi bamwe bamwe barimwo ko igwirirana ry’ubwicanyi bivanye n’ibibanza bamwe bashaka kugumya abandi bakagomba kuvyinjiramwo biza vyiyongera kubwoba bw’ivyambere twababwiye.  Abanyagihugu bayaze n’ikinyamakuru Itara Burundi bamenyeshako  batinyako hari abazohava bagwa mu mporero bazira ubwoko, intara, imigambwe n’ibindi vyotuma bigizwa kure y’isi y’abazima kunyungu z’abicanyi.
#Burundi : Igisirikare c’uburundi kiriyamiriza ingingo yo kugabanya abasirikare 1000 baco barungitswe muri Somaliya.
Mugihe hari urwandiko rumaze imisi ruhanahanwa ku mbuga ngurukana bumenyi rumenyeshako AMISOM igira igabanye abasirikare b’abarundi barungikwa muri Somariya kubashika igihumbi, igisirikare c’uburundi camenyeshejeko cabimenye aho ciyamiriza iyo ngingo.  Frolibert Biyereke avugira igisirikare c’uburundi amenyeshako  iyo ngingo yo kugabanya abasirikare ba AMISOM ariyo gushira mu ngiro ingingo yafatiwe munama y’umutekano y’ubumwe bwa Afrika yo kw’igenekerezo rya 30 Munyonyo 2018  kugira Somaliya izogire inzego zayo z’umutekano. Akamenyeshako kuwa 28 ruhuhuma 2019 hogabanijwe  abasirikare 341 ariko bakaba baronse ikete ribasaba gukurayo abasirikare 1000 b’abarundi.  Arangiza itangazo ryiwe asaba ko iyo ngingo yofutwa.  Tubamenyesheko abasirikare bari mu Somaliya hazosigarayo igitigiri kitari gito kandiko kuva mu misi iheze abakeneye kuja muma konji batanguye kuza baririhira itike y’indege, bikavurwako reta y’uburundi ikura amafaranga Atari make kuyaragenewe abasirikare ikongera ikabategeka kuyavunjisha kugiciro ca banki nkuru y’igihugu aho ico giciro kiri muri munsi y’igiciro ayo mafara avujwako hanze ya banki aho n’ibiburiburi amafaranga amajana umunani y’amarundi kw’idorari rimwe aba agahombo kumusirikare.  Twobamenyesha kandi ko gushika ubu abaheruka guhembwa ukwezi kwa hafi baronkejwe ukwezi kw’umunani 2018 mu gihe himirije imisi mikuru irangiza umwaka, imiryango imwimwe yabo basirikare ikaba imenyeshako  itazoba ifise amafaranga narirya abagiye vuba bobo ataco baragera kubaza ku mishahara yabo.
Burundi: Ibihugu vya rutura bibandanya bitera ivyatsi ingingo ya reta y’uburundi yo kwugara ibiro vya ONU bijejwe guharanira agateka ka zina muntu.
Mu kwezi guheze igihugu ca Suède casavye reta y’uburundi gukorana neza n’ivyo biro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu  #OHCHR , kubera ari inkingi yo gutohoza no guteza imbere igisata c’agateka ka zina muntu mu Burundi hamwe no gusubira kwemerera amashirahamwe mpuzamakungu gukorera mu Burundi. Reta zunze ubumwe za amerika nazo nyene ziherutse menyesha ko zihagaritswe umutima n’iyo ngingo yafashwe na reta y’uburundi yo kwugara ivyo  ibiro aho zimenyeshako reta yemeye gukorana neza n’uwo murwi ariho yokwerekana neza ko atagateka ka zina muntu katariko karahungabanywa. Canada ya nayo imenyeshako yabonyeko ivyo biro bijejwe agateka ka zina muntu(#OHCHR) vyahora bifise uruhara rukomeye muguterera no gutsimbataza  igisata c’agateka ka zina muntu mu Burundi kandi cari icanzo gikomeye muvyerekeye imigenderanire y’uburundi n’amakungu.  Kur’ubuga rwayo rwa tweeter @CanadaauBurundi, aho twakuye ayo makuru, ubuserukizi bwa Canada mu Burundi bwavye  reta y’uburundi kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 21 kigarama 2018 gutanga umuco kubiriko biravurwa mu Burundi vyo guhungabanya agateka ka zina muntu n’uruhagarara rwa politike hanyuma yongere yemere gukorana n’ivyo biro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu. Tubamenyesheko reta y’uburundi yugaye ibiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi kuva kuwa gatatu  igenekerezo rya 5 kigarama 2018. Iyo ngingo ikaba yafashwe  inyuma yaho intwaro ya Petero Nkurunziza ibicishije mu nama nkuru y’umutekano yugariye amashirahamwe mpuzamakungu yose akorera mu Burundi aho yahawe amezi atatu yo kugira abe yasubiye gusaba uruhusha rwo gukorera muburundi akurikije amategeko agezweho kuva igenekerezo rya 01-10-2018 kuzoshika 31-12-2018 . Amashirahamwe amwe amwamwe nka World Vision, CRS,… yarasubiriye kwemererwa ayandi nayo nka Avocats Sans Frontières(ASF), Médecins Sans Frontière(MSF),… abandanya amenyeshako azova mu Burundi kubera ivyo asabwa binyuranye n’akaranga mutima kayo.  #
Ibiganiro bihuza abarundi birabandanya muri Tanzaniya reta ya CNDDFDD itarimwo ?
Mugihe umufasha w’umuhuza mu matati y’abarundi  Benjamin William Mkapa yari yashinze ikirangamisi c’ibiganiro munyuma reta y’uburundi ikavuga ko idashobora kuvyitaba kubera vyahuriranye n’umisi wo kwibuka incugu y’uburundi Melchior Ndadaye , umuhuza yaravyunguruje abishira kumagenekerezo ya 24 gushika 29 gitugutu 2018.  Ejo kumusi wa gatatu igenekerezo rya 24 gitugutu 2018 niho ivyo biganiro vyari bitegekanijwe kwugururwa icece ahitwa i Ngurdoto Mountain Lodge Arusha muri Tanzaniya ariko reta y’i Bujumbura  ntiyavyitaba bituma umufasha w’umuhuza ayandikira ariko ntanyishu yari bwaboneke mur’iki gitondo. Iyugururwa ry’ivyo bikorwa vyo kugurura icese ivyo biganiro vyahavuye biba uno musi ku wakane igenekerezo rya 25 gitugutu 2018 isaha zine zo mugitondo atantumwa za reta canke imigambwe iyegereye bihari. Bikavugwako  bica  bibandaniziza mu migwi, abanyepolitike bitavye ivyo biganiro bahungiye hanze n’abavuye mu Burundi bakazoca bandika urwandiko rurimwo ivyo babona bisabwa kugira amatora ya 2020 agende neza bakazoheza bakarushikiriza ibiro vy’umuguza ku musi w’Imana igenekerezo rya 28 gitugutu 2018. Tubamenyesheko ivyo biganiro vyoheze kw’igenekerezo rya 29 gitugutu 2018 hashizweko umukono ku rupapuro rw’inzira rusinywe n’impande za politike zitumvikana mu matati y’abarundi kw’itegurwa ry’amatora yo mumwaka wa 2020 ariko ko reta itavyitavye kakaba kabaye akaryo ku banyepolitike bahunze igihugu n’abatahunze ko kuvugana n’ibindi vyotuma amagume y’uburundi ahagarara hanyuma igihugu kigatwarwa amasezerano ya Arusha ya 2000 adahonyanzwe. Ntitworangiza tutabamenyeshako kuva ivyo biganiro bitangura guskika ubu atanarimwe reta y’uburundi irigera yemera kwicarana n’abo batavuga rumwe kuko ivugako baronderwa n’ubutungane kandi ko abo nabo barandikiye umuhuza ko batakeneye ibiganiro vyobaha ikigorwe c’ikivunga kuko cohava gituma aboronderwa na sentare mpuzamakungu ku magume igihugu kirimwo kuva 2015 nabo bakironswa.
Cankuzo : Baraye bahariraniye ku bwicanyi bwakozwe mu ntambara ya 1993
Mu gihe mu zindi ntara hagiye hibonekeza kwihorahorana ku mabi yabaye 1993, aho n’ubu usanga hari abakiri mumakambi y’abateshejwe izabo atari make akwiragiye mu gihugu y’abatinya gusubira muzabo kubera gutinya ko ababahakije bohava babica, mu ntara ya Cankuzo haraye habaye bishasha bitamenyerewe mu Burundi. Muri Paruwasi Muyaga iri muri diyoseze ya Ruyigi,kuri uyu w’Imana uheze igenekerezo rya 9 nyakanga 2018, imbere y’abaserukira reta, abaserukira umugwi wo kuvugana ukuri no kurekuriranira ndetse n’abaserukira Imana kw’isi(Abihebeye Imana) n’abanyagihugu harimwo abiciwe abantu mu rwimo kwa 1993 habonetse abantu bemanga ko bishe abantu bakahamba mu binogo rusangi. Aho basavye imbabazi abo bahekuye ishengero rikinje bagatako bakazihabwa ku mugaragaro. Babifashijwemwo n’umugwi ujejwe amahoro n’ubutungane w’ishirahamwe SOPRAD rikukira diyoseze ya Ruyigi abishe n’abiciwe abantu baciye baja gushira ingori z’amashurwe ahari ibinogo rusangi vyahambwemwo intungane zazize ubwoko atakindi zari zakoze biri ku musozi Mugozi wo muri komine Cankuzo i ntara ya Cankuzo nyene. Nk’uko abo bavuze ko bishe abantu babivuze ngo hari n’ibindi binogo rusangi vyahambwemwo abantu biri ku misozi ya Kabeza, Rujungu, Gisagara n’ahandi. Ivyo bikanba vyashobotse kubera inyigisho z’imisi itari mike bagirishijwe n’abasaseredoti b’idini rya Katorika aho uwo mugambi bivugwa ko uzobandanya. Abanyagihugu bari bitavye ivyo birori bakaba batashe batangajwe n’ico gikorwa kandi bizerako atavyo kwihorahorana bizogikurikira kubera inzego zose zari zaserukiwe ndetse harimwo n’umugwi wari kuba wabikoze ariwo CVR kandi bakizerako utazovyivangamwo kuneza y’amahoro n’umutekano vy’igihugu na cane cane mur’iyo ntara isanzwe itasinzikaye nk’izindi ntara ariko bakabonako inyifato imbonerakure zimwe zimwe zikorana w’uwujejwe iperereza ishobora kubakwegera mu magume atagikozwe, Twashatse kumenya ico abahinga mu vyo gutatura amatati bidaciye mu ngimba bovuga kuri ico gikorwa, inkurikizi gishobora kugira ariko tukaba tutashoboye kuronka iciyumviro cabo.
Umugwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe amatohoza ku Burundi watanze icegeranyo i Genève aho wagiriza Petero Nkurunziza amabi ahakorerwa.
Uyo mugwi umenyeshako mu burundi habandanije hakorwa ivyaha vyo gusinzikaza ikiremwa muntu(crimes contre l’humanité) muntu nk’ubwicanyi bw’agahomeramunwa, kunyuruza abantu bakaburwa irengero, guhagarika no gupfungira abantu ubusa, kuboreza igufa abantu n’ayandi mabi abishe atabereye ikiremwa muntu. Uwo mugwi ukaba waradomyeko urutoke kuri Petero Nkurunziza ko ari mu bahamagariye imbonerakure gukora ayo mabi no kubiba ugwanko mu barundi.  Doudou Diène arongoye uyo mugwi amenyesha kandi ko begeranije amazina y’abantu bagirizwa amabi atari make n’ivyaha vyakozwa umwumwe muribo.   Tubamenyesheko Doudou Diène yashinzwe kurongora uwo mugwi muntango z’ukwezi kwa kabiri 2018 ariko akaba yabandanirije aho uwo yasubiriye Fatsah Ouguergouz yaragejeje kuko uwo mugwi washinze mumwaka wa 2016 ufise igikorwa ko gutohoza amabi yakozwe mu burundi n’abayakoze guhera 2015 arico gituma mur’iyo raporo basohoye harimwo n’amabi yakozwe mu mwaka uheze hamwe n’uyu mwaka. Ikindi n’uko uwo mugwi urangiza ikiringo cawo mu mpera z’uku kwezi kwicenda 2018 ariko amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu akaba abandanya asaba ko uwo wokongerwa ikiringo.
Urumuri rw’amahoro rwoba ruyarondera hehe ? ava  hehe akaja hehe ? ninde ayatanga mu Burundi ?
Haraheze igihe mu Burundi hatangujwe urumuri rw’amahoro ruzunguruka igihugu cose hakanakoreshwa uburyo bwinshi bw’igihugu kugira ruhashike. Abantu benshi baribaza igituma ubu rugeze kuncuro yarwo ya cumi na kabiri ariko amahoro akaba ataraboneka mu Burundi. Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 5 z’ukwezi kw’icenda 2018 niho hatanguzwa icese muri komine Bugendana mu ntara ya Gitega urwo rugendo ruzorangira kw’igenekerezo rya 14 z’ukwezi kw’icenda 2018 mu Vyerwa vya Ngozi muntara ya Ngozi Petero Nkurunziza avukamwo. Rukaba rwatangujwe na Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu mu civugo gikurikira : ‘’Tugumye ku muzirikanyi igihugu cacu tugikorere tunacigure ». Umuntu yihweje ico civugo harinyegejemwo ibibazo vyinshi, ninde ashaka kwigura igihugu ? None urwo rumuri rugiye kurondera hehe ayo mahoro kuburyo hari n’abazokwigura igihugu(Gupfa)? None amahoro azozanwa no guhagarika ubuzi bwose muntara zose ico kiringo aho ruzoca ruriko rurarengana ? Hari ivyavuzwe na Epipode Baranywikwa, icegera c’umugwi ujejwe gutembereza urwo rumuri ngo : « Imfashanyo itangwa n’urumuri rw’amahoro abanyagihugu bakabijamwo bakarwitabira bose ni zo ndoto z’umukuru w’igihugu, kugira ahindure uburundi igihugu giteye imbere, bive mu ndoto bije mungiro »   Birumvikana ko urwo rumuri ari umugambi wa Petero Nkurunziza ubwiwe bwa minwe kandi ko kandi atamigambi afitiye akamaro abanyagihugu kuko afise indoto ashaka ko zoja mungiro aho ubwigenge abakozi bose  bagakora aho kwiruka inyuma y’urumuri  ngo rurondera amahoro atateramere bijukiye. Urwo rumuri  hari n’abavugako rwoba ari umuhamuro wo kugota abanyagihugu ngo babe ibijuju ntihaboneke aboniyumvira kugwanya Nkurunziza ngo aho rwoba rukomoka mu mashamba yo ku musozi kilimanjalo wo mugihugu ca Tanzaniya aho Petero Nkurunziza yoba yahaniyeyo amasezerano n’abakurambere hamwe n’abavyeyi nk’uko mu kirundi bivugwa. Aka abazi inkomoko yarwo botanga umuco kuko binyegejwe benshi. Tubamenyesheko aho urrwo muri ruza guca hose akazi kose gaca gahagaragara kaba ak’abikorera utwabo kaba n’aka reta mugihe umushikiranganji w’abakozi n’akazi wewe akurikira mu bandi atan’ikete yigera yandika rimenyesha ivyo bikorwa n’akarusho bizanira abakozi ngo haboneke n’uwo ubwo buhombe bwojako kuko no mw’ibwirizwa nshingiro ryahinduwe atahagaragara uruhara rw’urumuri mukurondera, kubungabunga no guharanira amahoro mu Burundi
Burundi : CROWD1, ubusuma bwo ku rwego rwo hejuru buzwi n’ubutegetsi.
Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 11/01/2019, haruguruwe i Bujumbura kumugaragaro urudandazwa rukorerwa ku buhinga ngurukanabumenyi ruteye amakenga.  Urwo rudandaza rwitwa Crowd1, ruserukirwa imbere y’amategeko na François Hakizimana, umuhanuzi mubiro vy’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, rukaba rwatanguye mu Burundi mukwezi kwa gatandatu 2019 nk’uko bishikirizwa François Xavier Ndaruzaniye umwe mubanywanyi barwo, anarwamamaza cane aho yavyanditse kurubuga rumwe rumuhuza n’abandi.  Kwinjira muri Crowd1 umuntu akaba atanga amafaranga y’amarundi atari munsi  y’ibihumbi amajana ane(400000FBU) agize umutahe umwe(1action), umuntu akaba yemerewe kutarenza imitahe 25, ni ukuvuga imiriyoni cumi z’amafaranga y’amarundi(10 000 000FBU), abatanguye kwinjira ngo bakaba bamaze kugura imiduga n’amazu mumwanya muto nk’uko vyashikirijwe na Godefroid Ndabatezimana, umunyamabanga mukuru wa Crowd1 imbere y’abamenyeshamakuru kuwa gatandatu uheze, aho yongerako ko Crowd1 ari “Rufutamadeni”  Bikavugwako urwo rudandazwa rwinjiwemwo n’ibihangange munzego z’igihugu; nk’abashingamateka, abasirikare n’abapolisi bo mi rwego rwo hejuru, abadandaza bakomakomeye n’abandi, François Xavier Ndaruzaniye, muri nya rubuga akaba yavuzeko inzego zose zo mugihugu ziruzi kuko arinazo zatanze impusha zibemerera gukora ku mugaragaro, n’urwatanzwe mu kwugurura urwo rudandazwa kuwagatandatu kuri Nyabagere Conference center mu Kamenge rurimwo. Kuri uyo munsi naho bahejeje kwugurura ibirori abavyitavye baciye bagira urugendo rwabavanye mu Kamenge gushika kuri White Stone (Kwa Domitien) hagati mu gisagara ca Bujumbura, ndetse imiduga irenga mirongo ibiri n’inzu bikaba vyarahawe abanywanyi bakoze bigashimwa muri Crowd1 nk’uko amakuru adushikira abivuga.  Ikinyamakuru Itara Burundi, kikaba cagerageje kurondera kumbiga ngurukana bumenyi urugero urubuga Crowd1. com ruvugwako arurwo i Dubaï rwoba rwizeweko aho casanze ruri k’urutonde rw’imbuga zubusuma bita SCAMs, aho twasanze rutarenza ubwizigirwa bwa 1% mugihe urubuga rwizerwa ruba rukwije ubwizigirwa 100%, raba igicapo aha munsi. Tubibutseko twigeze kwandika inkuru zivuga ubusuma nk’ubwo bukorwa n’abantu bitwaza ububasha bafise muri reta canke mumadini yegereye ubutegetsi bwa CNDDFDD kandiko ibanki ya Republika y’uburundi BRB yigeze gutanga itangazo aho yiyamiriza urudandazwa rw’amafaranga aca kumbuga ngurukanabumenyi ariko abakora urwo rudandazwa baca baguma bahindagura amazina abantu bakibazako ari ibintu bishasha ariko ari ubusuma nka bwabundi.  Uwo François Xavier Ndaruzaniye, ikinyamakuru Itara Burundi camurondeye, tumaze kumwidondora akaba yatubwiyeko ataburenganzira afise bwo kuvugira Crowd1, ko tworondera uwuserukira iryo shirahamwe imbere y’amategeko, uwo nawe rukaba twashoboye kuronka numero ziwe turamurondera ariko akaba atashimye kutwishura.  Tukaba twumviseko ari umuhanuzi mubiro vy’umukuru w’igihugu yitwa Français Hakizimana, nawe nyene azwi mur’udandazwa rw’ayo amafaranga atemewe na BRB muri kahise ka hafi.  Amakuru adushikiriye mukanya atumenyeshako igipolisi gihejeje gufata abantu bababa 200 bari kuri AROME mugisagara ca Bujumbura, biga ibijanye n’urwo rudandazwa ruteye amakenga abatari bake kibajana buzuye ama duso aho tutashoboye kumenya ivyabo. Ni inkuru tuzobabandaniriza
Burundi : Abasitanteri b’abatutsi bariko barirukanwa ngo ntibazotekererwe
Hari makuru ava mu mugambwe uri kubutegetsi CNDDFDD amenyeshako abasitanteri bava mu bwoko bw’abatutsi batazotekererwa imiriyoni zitenga cumi  (+10millions) uwuhejejeje ikiringo yemererwa n’amategeko.  Mugihe hasigaye amezi make cane ngo ikiringo c’abasitanteri gihere, ayo makuru akavugako Nestor Nijimbere yatwara komine Bururi bivugwako yategetswe  gutanga imihoho kw’igenekerezo rya 31/12/2019 hamwe na Innocent Nyandwi yararongoye komine Cankuzo yakuwe n’inama mpanuzwajambo ya komine muminsi iheze hamwe na Jeanne Françoise  yari arongoye komine Gashikanwa yo mu ntara ya Ngozi bivugwako yategetswe gutanga imihoho mu kw’indwi 2019 vyari mur’uwo mugambi, bikavugwako n’abandi hariko haronderwa uburyo bwose bobagiriza amakosa gurtyo birukanwe amafaranga botekerewe ikiringo cabo giheze arenga F10 000 000 ntibazoyaronswe kandiko ari n’uburyo bwo kubigizayo ngo ntibazoronswe ibindi bibanza muri kazoza bahorwa ubwoko bwabo bw’abatutsi.
Burundi: Amakuru azotangwa mu matora ya 2020 azoba agosoye.
Ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru bwarashinze kuri uyu wa 24 kigarama 2019 komite y’igihugu ijejwe gutegura no gushira mungiro uko amakuru yerekeye amatora ya 2020 azotohozwa n’uko azoshikirizwa.  Iyo komite igizwe n’abamenyeshakuru  cumi na babiri harimwo abakenyezi mirongo itatu kw’ijana, ikazoba ifise ibikorwa icenda nyamukuru harimwo gutegura amategeko azogenderwako mu gutanga amakuru, gutegura uburyo bw’ubuhinga n’ubw’amafaranga bukenewe kugira amakuru azoboneke yongere ashikirizwe mu matora, gutegurira ibibanza abamenyeshamakuru bazoba bafise, gutegura ahazoshingwa uruganda rw’urunani rw’amaradiyo n’ibindi.  Twegereye Franck Kaze, umuhinga muvyo ku menyesha amakuru ari nawe yararongoye uruganda rw’urunani rw’amaradiyo mu matora ya 2005, tumubaza uko abona itegurwa ryo ku menyesha amakuru mu matora ya 2020, yatumeyeshejeko atabwigenge bwo kumenyeshamakuru buzoba buri mur’ico gikorwa, akabonako hazoba kugosora amakuru uko CENI izoba ibishaka mugihe bobo muri 2005 bakorana n’urwego rwo  kumenyesha amakuru CNC hanyuma CENI ikaja irakosora ivyo yumva bitariko bigenda neza hirya no hino.  Franck Kaze akabonako ingorane nyamukuru ar’uko umumenyeshamakuru atazoba yemerewe kuvuga ibivuye mu matora, ashobora gutinya kuvuga amakuru kubera ubwoba ko vyomugirira ingaruka mbi hamwe n’uko amakuru azoba yaronse azorinda kuyaha abamukurira bakayagosora mbere bagashobora kuzoyahindura canke bakanka ko ashikirizwa abarundi. Uwo muhinga akabonako atamakuru yizewe yiteze ko azovugwa muri ayo matora ya 2020 kubera abamenyeshamakuru batazoba bigenga. Kubwa Me Vital Nshimirimana arongoye urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike FORSC, urunani rw’ibinyamakuru rugishingwa mumwaka wa 2005, rwarakoze neza ruraba rurangiranwa, ibinyamakuru vya reta vyaciye bisokora, mu matora ya 2015 bigenduko, umwaka wa 2015 amaradiyo yigenga amaze guturirwa, abamenyeshamakuru bagata bagahunga ko bitasubiriye gushoboka.  Me Vital Nshimirimana yamenyesheje ikinyamakuru Itara Burundi ko ahubwo abanyepolitike bemeye kuja mu amatora ya 2020 bohagabira. “Kubona umushikiranganji avyuka agashiraho umugwi nkurya, ndabishira mur’urutonde rwo kwiba amatora” Me Vital Nshimirimana ntaca hirya no hino. Avugako urya murwi uzovuga uvyo umugambwe CNDDFDD ushaka kuburyo bashobora kuzobwira abarundi n’amakungu ibiriko biraba atarivyo.
Burundi : “Ahubwo hapfuye bake”|”Mubadandariza mu mitaka harimwo abansi b’igihugu”
Petero Nkurunziza yamenyesheje abarundi bose ko umwansi w’igihigu c’uburundi bamumenye ari “Urwanda”, aho ni igihe yarabajijwe aho amatohoza yatanguwe n’ishirahamwe ry’ibihugu vy’ibiyaga binini ageze. Yamenyeshejeko abahinga baje mu Burundi ariko urwanda rwanse ko binjirayo.  Kuvyerekeye ingingo yafashwe n’abajejwe intwaro yo gushinga amasaha yo kwugururira no kwugara ububare hamwe n’iyo kubuza urwaruka kwiyungunganya rucururiza mumitaka ama unités, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamenyeshejeko iyo ngingo ari nziza kubera barinze bugara baba nabonye ibitagenda neza narirya umutekano aribo bawujejwe, yongeyeko avuga ati:” Abadandariza mumitaka harimwo abansi b’ibihugu,… bafashe abashika amajana abiri bakabegeraniriza hamwe basanga ijana batazwi m’abajejwe intwaro, atabibaranga bafise”.  Kukibazo c’abavunjayi batakironka amafaranga y’agaciro mw’ibanki nkuru y’igihugu BRB, yishuyeko abavunjayi bafatwa nk’abansi b’igihugu:”Abansi bamwe bakoresha inkoho ariko abavunjayi bakoresha ivy’ubutunzi, tubaretse bakaguma baduza ibiciro vy’amafaranga y’agaciro, umukate tuzowugura umuriyoni,.. … ikiro c’ibiraya kigurwa ama euros atatu ni ukuvuga ibigumbi icenda vy’abarundi, mwumva amafaranga y’amarundi  adafise agaciro kurusha amafaranga y’i buraya?” zimwe munyishu yatanze. Yamenyesheje ko abavunjayi batemeye gukurikiza amategeko y’ibanki nkuru b’igihugu bazomanika imbabura zabo nabo bakaja kudandaza canke gukora akandi kazi hanyuma reta izoce ifata muminwe urudandazwa rw’amafara y’agaciro.  Muri ico ikiganiro camaze isaha n’inusu , umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ntiyibagiye guhoza imiryango yabuze ababo mubiza bimaze imisi bihitana abantu n’ibintu ariko amenyeshako abapfuye ari bake agereranije no mu bindi bihugu aho amagorofa n’imiduga y’agaciro bihora bitwarwa n’imyuzure hagapfa abantu benshi.  Kur’ico ikibazo avugako hari abajejwe gutunganya ibisagara bavyifashemwo nabi ndetse n’abatetsi bihaye ibibanza abantu bitari bikwiye yongerako  hari n’abubaka mwojoro.
Burundi : Innocent Nyandwi ntakiri musitanteri wa komine Cankuzo
Inama mpanuzwajambo ya Komine Cankuzo mu ntara ya Cankuzo yarakomboye musitanteri w’iyo komine kur’uyu wagatandatu igenekerezo rya 21/12/2019.  Innocent Nyandwi akaba yari musitanteri wa komine Cankuzo kuva mumwaka wa 2015 aho bivugwako yari yahawe n’uko yari umututsi, akaba agiye gusubirirwa ivy’imfatakibanza n’uwitwa Pasteur hatisunzwe ico uwambere yari hashiriweho nk’uko amakuru adushikira abivuga.  Bikavugwako Innocent Nyandwi yaramaze imisi yerekana inyifato itabereye umutegetsi aho bivugwako yoba yakubita umutambukanyi wiwe, akagwana mububare n’ayandi makosa abanyagihugu batashima.  Tubamenyesheko uwo Innocent Nyandwi yahora ari umwigisha w’ishure ritoya ariko amakuru adushikira akavugako kugira azosubire kuronka ico ikibanza bitazomworohera  kubera inyifato yiwe yahindutse.
#Burundi : Hoba hari umugambi wo gutuza abatutsi bose barenza amafaranga imiriyoni amajana abiri(F200000000)
Abarundi bose bo mu bwoko bw’abatutsi batunze boba bagomba kwirukanwa mu Burundi n’ubutegetsi bw’umugambwe CNDDFDD kuburyo inyuma y’amatora ya 2020 atanumwe azoba agifise ijambo.  Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga n’uko abagwizatunga n’abategetsi bo mubwoko bw’abatutsi boba bageramiwe n’ubutegetsi; bivugwako abagwizatunga bobo b’abatutsi iyo baramutse batsindiye amasoko akomakomeye(Imbonekarimwe) baca bimwa amafaranga yabo bahejeje ibikorwa ngo bagaterwa ubwoba ko babandanije kwishuza bazoca bicwa, abandi boba bafise amafaranga arenga imiriyoni zirenga amajana abiri (F200 000 000) murudandazwa rwabo ko boba baragabishijwe mw’ibanga ko boraba iyo bajana imitahe yabo atari mu Burundi “Ntakibanza mukihafise” uko abaciriwe agace babibwiwe.  Ivyo bikaza vyiyongera kuvyabaye mu misi iheze aho mu mugambwe CNDDFDD batoye abizigirwa batanu batanu ku mitumba yose yo mu Burundi, uwatorwa ari umututsi ngo ntibabura ico bitwaza mpaka bamukuyemwo nk’uko amakuru adishikira abishimangira aho bivugwako benshi bari batowe munyuma bagasanga babafuse kuntonde.  Tubamenyesheko abahinga bavugako ivyo gukenesha ubwoko bumwe ari intambwe imwe muzo gutegura ihonyambwoko: “Gukenesha ubwoko bagomba guhonya” uwundi nawe ati :”Ivyo uwo mugambwe uri ku butegetsi uriko urakora bizobagarukako batakiri kubutegetsi.”
#Burundi: Isura y’isanamu y’incungu ya Demokrasi, Melchior Ndadaye yaraye ifutanganijwe.
Mw’ijoro rya 20 rishira 21 kigarama 2019, i Buganda mu ntara ya Cibitoke haraye hibwe idarapo y’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, isanamu y’umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye irasibanganywa n’abantu bataramenyekana.  Ivyo vyabaye mu gihe kundwi iheze uwo mugambwe wari wabanje kwankirwa kugira urugendo wari wateguye mu kayanza munyuma hakaba ibiganiro n’inzego zibijejwe urwo rugendo rukaruhira kuba.  Abarongoye uwo mugambwe bakabonako umugambwe wabo uriko uratotezwa mu gihugu bivugwako igihugu kiri muntwaro rusangi yemera imigambwe myinshi.
Burundi : Amakuru yihuta : Urubanza rw’abagirizwa kugandagura umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye rwafashe iyindi ntumbero.
Nk’uko amakuru adushikiriye kuri uno mugoroba w’igenekerezo rya 19/12/2019, urubanza rw’abagirizwa kugandagura umukuru w’igihugu Melhior Ndadaye buca rusasa mu ntara ya Gitega ejo kw’igenekerezo rya 20 Kigarama 2019 ahapfungiwe abagirizwa urwo rupfu.  Nkuko amajwi musanga kurubuga
rwacu muyumva, urwo rubanza rwoba rugira rukoreshwe n’ubutegetsi bwa Petero
Nkurunziza mukwerekana ko ataco butinya ko bwaciye urubanza ruhambaye mugihe
amasezerano ya Arusha yavugako imanza nk’izo zizocibwa na Sentare idasanzwe
yerekeye uburundi(Tribunal Spécial sur le Burundi) iyo nayo ikaba itarajaho.  Bikavugwako iyo sentare ariyo
yociye urwo rubanza hamwe  n’izindi z’abakoze
amabi mu ntambara yakurukiye urwo rupfu rw’umukuru w’igihugu Ndadaye Melchior
yagandaguwe kw’igenekerezo rya 21/10/1993 nk’abaturiye abana bo mu Kibimba,
abishe abantu i Bugendana, i Teza, i Buta, i Bubanza, abategera abantu ku
mabarabara bakabica n’ibindi n’ibindi Ababona ibintu n’ibindi bakabona
ko kwoba ari ukurondera kugarukana ubwizigirwa bwa CNDDFDD mu bwoko bumwe ngo
bikunde bazoronke amajwi mumatora ya 2020 hama ubutunzi bw’abahunze bigeze kuba
abategetsi bunyarwe urukombamazi.
Burundi: Buramatari w’intara ya Kayanza yanse urugendo rw’umugambweSAHWANYA FRODEBU.
Buramatari w’intara ya Kayanza yaraye ahakaniye abanywanyi b’ubugambwe SAHWANYA FRODEBU kuzogira urugendo rwobashikanye aho bazogirira inama ku munsi w’Imana igenekerezo rya 15/12/2019. Mw’ikete yandikiye umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU kuri uyu wambere igenekerezo rya 10/12/2019, Hon. Anicet Ndayizeye arongoye intara ya Kayanza amenyeshako atari buhakane ibukorwa vy’umugambwe SAHWANYA FRODEBU ariko ko urugendo rwovanye abanywanyi bawo muri karitiye Mukoro rukabashikana mw’ihoteri KAMOTEL aho bazogirira inama ruhagaritswe.  Mugihe mu mugambwe uri kubutegetsi CNDDFDD badasiba kwerekana inguvu, batunganya imyiyerekano hirya no hino mugihugu, uwo mutegetsi mukwanka urugendo rw’umugambwe watanguje “DEMOKRASI” mu Burundi, ntiyatanze insiguro ngo yerekane ivyokwononekara urwo rugendo ruramutse rubaye.
#Burundi: Indwi yo kwandika abatari bariyandikishije ngo bazokwitabe amatora ya 2020.
Umugwi wigenga ujejwe gutunganya amatora (CENI) watanguye kwandika abatari bariyandikishije ngo bazokwitabe amatora ya 2020 kuri uno wambere igenekerezo rya 09/12/2019 ukazogeza kw’igenekerezo rya 12/12/2019.  Ivyo bikorwa bikaba vyatanguriye rimwe no kumanika intonde mfatakibanza z’abazokwitaba amatora ya 2020. Abariko barandikwa akaba ari abataronse umwanya canke akaryo ko kwiyandikisha igihe uwo mugwi wandika ubwambere. Aha hakaba harimwo abari barahunze, abari bapfunzwe, abari kwiga canke bari mubutumwa butandukanye hanze.  Tubamenyeshe y’uko umugambwe uri ku butegetsi CNDDFDD umaze indwi iheze mumyiteguro yo “gukenyura” ibijanye n’amatora ya 2020, aho ivyo bikorwa vyasozerewe kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 08/12/2019.
Burundi : Indwi yo kwiba amatora ya 2020: “Gukenyura”.
Munama yama iba kw’igenekerezo rya mbere ry’ukwezi mu mugambwe uri ku butegetsi CNDDFDD, iyabaye kuruyu wa 01 kigarama 2019 ku mitumba bita “Inama nshingiro”, abayitavye baronse ubutumwe bwo kumara iyindwi  yo kuva kw’igenekerezo rya 02 gushika 06 kigarama 2019 bagategura kwiba amatora ivyo bise “gukenyura”.  Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, abagumyabanga b’umugambwe CNDDFDD batoreye hagati mu gihugu ariko bazotorera mu gisagara ca Bujumbura basabwa kwiyandikisha ku mbonerakure zashinzwe ako kazi kuva uno munsi ku wa mbere igenekerezo rya 02 gushika ejo ku wakabiri igenekerezo rya 03 kigarama 2019, abatagira  amakarata karangamuntu, nabo bakazoriha amafaranga 500F asabwa bagaca batanga impapuro barihiyeko, amafoto  passport hamwe n’imyidondoro kur’izo mbonerakure nyene gushika kuwa gatanu igenekerezo rya 06 kigarama.  Imbonerekure ntaburenganzira bwo kubaza nyene karangamuntu mugihe bazituma zitegerezwa kwakira amafoto n’impapuro zarihiweko zikazijana kubajejwe gutanga karangamuntu hanyuma zigatanga karangamuntu kuwagasavye gusa.  Ayo makuru
abandanya atumenyeshako harimwo abazoja kwiyandikisha mu bibanza bitandukanye
bavuga ko arivyo bazotoreramwo bakoresheje ayandi mazina kugira CENI
izobasohorere amakarata y’itora menshi gurtyo bazoshobore gutorera mu kibanza c’amatora
kirenga kimwe kandiko ivyo bariko bakora mur’iyi ndwi CENI itegerezwa kubishira
mungiro uko nyene.  Aho
twobamenyeshako uwo mugwi wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI watumyeko
abadafise amakarata y’amatora kumvo zitandukanye havuyemwo abazitaye kuzotonda
kwiyandikisha kuva kw’igenekerezo rya 09 gushika 12 kigarama 2019 kugira
bakorerwe amakarata nabo bazotore mumatora ya 2020.
Burundi : Imbonerakure zo mu Gikoto zarakubise abasirikare harimwo umunyeshure wo muri ISCAM
Mu gasho ka zone Musaga mu gisagara ca Bujumbura, harapfungiwe imbonerakure zirenga cumi kuva kuw’Imana igenekerezo rya 10 gitugutu 2019 zagirizwa gukubita abasirikare babiri n’umumwigisha umwe zikabatwara amafaranga, impuzu n’amaterefone.  Hari ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 9/11/2019 mu masaha
ya satatu z’ijoro(21h) aho abasirikare babiri uwitwa Prosper akorera mw’ikambi
y’i Mwaro, uwitwa Pontien yiga mw’ishure kaminuza rya gisirikare ISCAM hamwe n’umwigisha
wo muri komine Ndava mu ntara ya Mwaro bari bavuye murubanza rw’ubugeni bw’umuvukanyi
wabo i mugisagara ca Bujumbura, bagiye aho barara, bageze ahitwa kuri 9 baja mu
Gasekebuye, bategerwa n’umugwi w’imbonerakure zo mu Gikoto, zone Musaga komine
Muga. Urwo rwaruka rw’umugambwe uri kubutegetsi CNDDFDD, rwarabakubise barashaya
rubatwara ivyo bari bafise vyose nkuko amakuru Ikinyamakuru Itara Burundi
caronse abivuga.  Inyuma y’umwanya munini bakubitwa,  abo basirikare bagashobora guca mu vyahumye
izo mbonerakure baratabaza bagenzi babo bariko barakizura kw’ibarabara rya
mbere ku Musaga, babona kuza gutabara wa mwigisha w’i Ndava yitwa Céléstin aho
basanze za ari mukwicwa n’amahiri, bikavugwako ari ikiruruma n’ubu akiriko
aravurwa.  Abasirikare bahavuye bafata imbonerakure zirenga cumi murizo
bazijana mu gasho ka zone Musaga aho zipfungiwe gushikubu ariko zikaba zaranse
kwerekana aho ama terefone, impuzu n’amafaranga y’abo basirikare n’uwo mwigisha
vyaroye.  Tubamenyesheko Imbonerakure zisanzwe zikizura mw’ijoro
hagati mu ma karitiye zitwa « Comité mixte de Sécurité » zigahembwa
amafaranga atozwa mu Gisagara ca Bujumbura ; abayatanga bakabwigwako ari ayo
kuyora imicafu aho batanga hagati y’ibihumbi bitanu na cumi n’abitanu (F5000 -F15000)
ku kwezi ku kwezi bivanye n’abaribo n’ivyo bakora.
#Burundi: Uruhigi rw’abanywanyi b’umugambwe CNL rwafashe umuvuduko udasanzwe.
Murino misi haravugwa uruhigi rw’abanywanyi b’umugambwe CNL utavuga rumwe n’ubutegetsi aho hari  abafatwa bagakubitwa, bagapfungwa abandi bakaburwa irengero. Mugihe abanywanyi b’umugambwe CNL bagirizwa n’umugambwe uri kubutegetsi CNDDFDD gukorana n’umuhari urwanya reta RED Tabara, mur’iyindwi iheze haraciye kurubuga ngurukana bumenyi rwa Whatsapp ubutumwa butanga iciyumviro c’ingene Rwasa agathon, umukuru w’umugambwe CNL  yofatwa agapfungwa canke akicwa. Uwanditse ubwo butumwa abonako vyatevye,  bafatiye kumajambo ashikirizwa n’umushingamateka Rwasa hirya no hino vyari kworoha kumufata. Eka n’umushingamateka Rwasa Agathon ubwiwe akaba aherutse gushira ahabona umugambi wo kumugandagura, Radio Inzamba agateka kawe nayo ivuga ibitero vyoba biriko birategurwa mu gisagara ca Bujumbura  bikazoca vyegekwa kuri Rwasa aho naho akazoca afatwa. Hagati aho mu Cibitoke n’i Bubanza abanywanyi b’uwo mugambwe barafashwe kubwinshi mur’iyi ndwi iheze benshi bagirizwako badafise ivyangombwa.  Haciye imisi ine umwigisha Abdoul Manirutingabo afashwe n’#Imbonerakure zimusanze kw’ishure yigishako rya #ECOFO #Kavumu riri muri komine #Butihinda intara ya #Muyinga akaba atawuramenya aho bamutwaye,ndetse nabo bakorana  hamwe n’ababanyi biwe bavugako ataco bari bamuziko kibi.  Inyuma yihagarikwa rya Irakoze Gilbert, umunywanyi wa #CNL mw’i #jenda muri #Mugongo_Manga kur’uyu wa 11/11/2019, Éric Barakamfitiye, umukuru w’imbonerakure kumutumba i Jenda Rural, akoresheje numéro ya whatsapp yiwe 61328789,  Yahavuye yandika mu mugwi umwe wa Whatsapp amazina y’abo yita “Abicanyi” aribo: Thérance Kagabo, Gervain Harerimana, J.Claude nizigiyimana, Emery Hakizimana Déogratias,Hygues Kankiko, Therance Kankiko na Nizigiyimana stive. Tubamenyesheko abapolisi bafashe uwo Irakoze Gilbert bari bajanywe n’imbonerakure kandi ko n’abo twadondaguye bashobora gufatwa umwanya n’umwanya. Abanywanyi b’umugambwe CNL bavuganye n’ikinyamakuru Itara Burundi bamenyeshako itotezwa bagirirwa aho kubaca intege ahubwo ribaha inguvu kubera kuribo ari ikimenyetso cerekana uko umugambwe CNDDFDD uri kubutegetsi wagize ubwoba bwo gutsindwa mumatora ya 2020 kandi ko batiteguriye guhesha, ngo bazoherekeza amatora kugeza bahejeje guharura amajwi. Bakavugako CNDDFDD ihirahiriye ikiba amatora canke igakora ku mukuru w’uwo mugambwe Rwasa Agathon hazoca haduka intambara ubwo nyene.
#Burundi: Amatora y’abizigirwa 5 kumutumba wose wo mugihugu yavyuye icuka kibi muri CNDDFDD
Hari aho abari batowe muri batanu b’abizigirwa bagiye babona bakuwe k’urutonde kumvo zidafise ishingiro bituma icuka kibi caduka. Tubamenyeshejo atawuzogenwa n’umugambwe ngo awuserukire munzego nkurunkuru z’igihugu atabonetse kuri iyo liste ya 5 kumutumba.  Ntabariko baridoga nka Nduwayo Philippe wo muri commune Cankuzo yoba yakuye kurutonde rw’abizigirwa kubera ngo abavyeyi biwe bavuka muyindi ntara abandi bakibazako yakuwemwo kubera ari umututsi. Tubwire namwe aho muherereye.
Burundi:Abamenyeshamakuru bane n’umushoferi wabo bafatiwe ingingo yo kubandanya bapfunzwe.
Inyuma y’indwi abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru iwacu Christine Kamikazi, anges Ndirubusa, Thérence Mpozenzi, Egide Harerima n’umushoferi bahagaritswe bagapfungwa hariya muntara ya Bubanza, . Sentare nkuru ya Bubanza yafashe ingingo yo kugumiza mugasho abo bamenyeshamakuru n’umushoferi wabo ibagirizako bafashije abateye igihugu mundwi iheze, aho ni mugihe hari umugwi w’abagwanyi waciye muntara ya Bubanza ugatana mumitwe n’inzego z’ijejwe umutekano ku nkengera z’ishamba cimeza rya kibira. Abo bamenyeshamakuru bakaba bari bagiye I Bubanza gutohoza ivy’ico gitero baca barafatwa n’ibikoresho vyabo vyakazi. Tubamenyesheko ikinyamakuru cari kimaze imisi itari myinshi kigabishijwe n’ugwego rwo gucungera amakuru n’ibimenyeshamakuru CNC. Mugihe himirije amatora mu Burundi abatari bake bibazako reta irongowe n’umugambwe CNDDFDD yoba ishaka kuzivya ibimenyeshamakuru kugira amabi akorwe atacamira ndetse n’amatora yibwe ntihagire ikimenyeshamakuru na kimwe coboneka kibishira ahabona.Tubibutseko ama radio mpuzamakungu nka BBC na VOA nazo zahagaritswe gukorera muburundi na Leta yuburundi.
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU aratewe impungenge n’uko ibintu vyifashe mu Burundi.
Muri raporo yama ashikiriza imbere y’inama nkuru y’umutekano ya ONU uko amezi atatu aheze yerekeye uburundi, umunyamabanga mukuru wa ONU yamenyesheje kur’uyu wa 24/10/2019 ko uburundi bukirangwa mundyane za politike no kudahana ivyaha.  Muri raporo y’impapuro cumi na zitandatu Itara Burundi twashoboye kuronka, umunyamabanga mukuru wa ONU arerekana ukuntu imigambwe CNL na UPRONA yaburabujwe mu bikorwa vyayo mu kwezi kwa kabiri n’ukuntu ingoro z’umugambwe CNL zirenga 10 zaturiwe izindi zigasamburwa. Iyo raporo irererekana utwigoro twa reta two gushigikira hamwe n’ingendo yo kugaya aho yerekanako reta iterekwa ibiganiro kandi ariyo nzira yonyene yo kugarukana amahoro mu burundi. Kuvyerekeye amatora asigaje amezi make ngo abe mu Burundi, umunyamabanga mukuru wa ONU arafise amakenga ko ayo matora atazokwitabwa n’impande zose z’abarundi kubera hakiri impunzi hanze y’igihugu kandi nabo bari abarundi mu bandi agasabako reta yohana inkozi z’ibibi, ikemera ibiganiro n’abo batavuga rumwe, ikagaruka ku masezerano ya Arusha yo yari yatanze amahoro n’umutekano, ikemerera kwugururira iyindi migambwe igakora mu mwidegemvyo n’ibindi. Iyo raporo iragaruka uko ibiganiro vya reta na CNARED yasavye i Nairobi muri Kenya bitahawe ikibanza gikwiye, igasaba akarere ka afrika y’ubuseruko kubandanya bagondoza reta n’abo batavuga rumwe ngo baganire amahoro agaruke mu Burundi.  Tubamenyesheko kuruyu wa 30/10/2019 Michel Kafando nda Jürg Lauber bazofata ijambo mu nama nkuru y’umutekano kuvyereye ibikorwa bakoze nk’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU kur’uyo wambere hamwe nk’uwujejwe igisata co kugarukana amahoro muburundi uwo wakabiri. Mushobora gusoma iyo raporo muciye aha
Burundi : Abaharanira agateka ka zina muntu bariko baravugana n’abategetsi bakomeye bo muri Afrika.
Abaharanira agateka ka zina muntu mu burundi bamaze imisi
mur’ugendo rwo gusigura uko agateka kazina muntu kifashe mu Burundi hariya muri
Ethiopiya.  Muvyo bariko barasigura abakuru b’ibugu, abarongoye ubumwe bwa Afrika be n’abafasha uburundi n’uko ivyo agateka ka zina muntu vyifashe mu Burundi imbere yuko haba amatora ya 2020. Amashirahamwe barongoye yama yashikirije ivy’ihungabanywa ry’agateka ka zina muntu mu burundi muvyegeranyo yama yasohoye. Tubamenyesheko mur’ico gihugu giheruka no guterwa iteka ridasanzwe aho umushikiranganji wambere waho Abiy Ahmed yaronse agashimwe kitiriwe Nobel, inyuma yaho yemeye ibiganiro hagati ya Ethiopie na Erythrée ubu bikaba bibanye neza
Ukwibuka incungu yo kwikukira kw’uburundi,umuganwa Ludoviko Rwagasore
Mu #Burundi ibirori vyo guhimbaza imyaka 58 iheze incungu yo kwikukira,
Umuganwa Ludoviko Rwagasore agandaguwe bizoba kw’igenekerezo rya 14/10/2019
bikaba bitazosubira gutanguzwa n’imisa muri Ekleziya Katorika uko vyahora.
Hategekanijwe igisabisho c’amadini menshi kuvyibutso vyiwe. Amakuru dukura mu Rwanda, kw’igenekerezo rya 13/10/2019 niho harategekanijwe imisa yo kwibuka iyo ncungu y’uburundi ku mpunzi z’abarundi muri paruwasi Christus i Remera i Kigali aho inyuma y’imisa abazobishobora bazohurira ahantu « munsi y’igiti » bumvirize amajambo akanye n’uwo munsi.  Tubamenyesheko uyo munsi ushitse reta y’uburundi ifitaniye imigenderanire itari myiza n’amadini yemewe n’amategeko amwamwe nka Katorika, Pentekoti, abasabato n’ayandi arinaco giishobora kuba ari intandaro y’igisabisho c’amadini menshi.  Mumakuru azokurikira tuzobabwira uko Ekleziya katorika igiye gutotezwa.
#Burundi : Imbonerakure ziriko zirapfungwa kubwinshi.
Inyuma yaho urwaruka rw’umugambwe uri kubutegetsi bita imbonerakure zine zo muntara ya Muyinga ziciriwe urubanza rwo guherayo na sentare kw’igenekerezo rya 8/10/2019 haramaze gupfungwa izindi mbonerakure zitari munsi y’indwi mu ntara za  Bujumbura na Ruyigi zagirizwa gushaka kugandagura abantu.  Mugihe izo z’i Muyinga zagirizwa kwica abanywanyi b’umugambwe utavuga rumwe na reta CNL mu mutego zari zagize mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 18 rishira 19 myandagaro 2019, izo mu Ruyigi zafashwe kuwakabiri nyene igenekezero rya 8/10/2019 zozo uko ari zitanu zagirizwa gushaka kugandagura umunyamabanga wa CNDDFDD mur’iyo ntara:  Nyawenda , « imbenerakure yiyemera mwene  Kabusosi » , Magereza avuka mu Kumoso akaba yakorera iperereza, Claude yakora muri REGIDESO avuka mu Cibitoke, uwacungera ubuzima bw’umushingamateka Claude Bikinamuci akaba yarahejeje amashure kuri EPM Gisuru,  Haruna yarasanzwe akora muri COOPEC ari umushoferi  wa Antenne regional ya FENACOBU, bose bakaba bari imbonerakure. Izindi mbonerakure zipfunzwe ni uwitwa Frédéric Masabo yaraye ashikanywe mw’ibihero rukuru rya Mpimba i Bujumbura kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 9/10/2019 yagirizwa gushaka kwica umupolisikazi bita claudine batazira FOFO asanzwe afise umugabo w’umu komiseri mu Gipolisi bita Salomo akora kukibuga c’indege citiriwe Melchior Ndadaye. Uwo nawe akaba yapfunganywe n’uwo bagirizwa hamwe ko bafadikanije  icaha. Bikavugwako uwo Frédéric yarasanzwe atwara umugambwe CNDDFDD n’umutumba  Gahahe yo muri zone rubirizi, komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura yoba yahora akoreshwa n’iperereza mu kwica abantu.  Mu banyagihugu bavuganye n’ikinyamakuru Itara Burundi ntibabona kumwe ivyo pfungwa ry’imbonerakure ririko riraba kubwisha. Bamwe bati boba bariko baronswa misiyo zo kurondera amakuru no kuzogandagura abapfunzwe batavuga rumwe n’umugambwe CNDDFDD uri ku butegetsi abandi bati kwoba ari ugupfa ibibanza kwoba kuru muri CNDDFDD aho hoba hari abakipfuza kwica abobabangamira mubibanza bashaka kwitorezamwo bagaca bakoresha imbonerakure mugihe hari n’abibazako kwoba ari ugushaka kwereka amakungu ko abagizi ba nabi bafatwa hatisunzwe ivyiyumviro vya politike.
Burundi: Imbonerakure ziriko zitoza intererano z’amatora ya 2020
Kur’uno wa gatandatu igenekerezo rya 20 mukakaro 2019, imbonerakure, urwaruka rw’umugambwe CNDDFDD uri ku butegetsi zazindutse zitoza intererano yo gufasha uwo mugwambwe  kwiyamamaza mu matora yimirije muri 2020.  Nk’uko amakuru twaronse abimenyesha, ntamuhana n’umwe wo muburundi zitegerezwa gusimba, aho umuntu wese ategerezwa gutanga amafaranga igihumbi (1000Fbu) n’ibiburi ariko abafise akazi ka reta bose atawuja munsi y’amafaranga ibihumbi cumi (10000Fbu).  Ayandi makuru tutaratohoza neza n’uko bivugwako intererano zo guterera amatora ya 2020 zahora zikatwa ku mishahara y’abakozi ba reta bose ku kwezi ku kwezi, naho umukuru w’igihugu yamenyesheje kw’igenekerezo rya 1 mukakaro ko zahagaze atariko bizogenda ahubwo zizobandanya zitangwa aho bivugwako ayo mezi asigaye 11 yose azoca aja kuma konte y’umugwambwe uri ku butegetsi, aya makuru tukazobandanya tuyatohoza.  Tubamenyesheko mu matangazo yatanzwe n’abaserukira umugambwe CNDDFDD muntara mur’iyi ndwi turiko turasozera yamenyeshako atakindi gikirwa gitegekanijwe uno munsi igenekerezo rya 20/7/2019 atari kwegeranya intererano naho bobo  bavuga ko zakwa abanyamugambwe babishaka gusa, amakuru twaronse yavugako n’abatari mu mugambwe barabwa n’izo ntererano.
#Burundi: Intererano z’amatora ya 2020, zarakwiye ariko zibandanya zakwa abanyagihugu.
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yashikirije ijambo kw’igenekerezo rya 01 mukakaro 2019 avugako intererano z’amatora ya 2020 zakwiye ariko nk’uko amakuru adushikira zirabandanya zitozwa ku nguvu. Kuri uno wa 17/7/2019, haciye kumbuga ngurukanabumenyi ubutumwa bumenyeshako kumusi wa gatandatu igenekerezo rya 20/7/2019 abanyagihugu bo muntara ya #Cankuzo bazotozwa intererano kurugo kurugo itari munsi y’amafaranga igihumbi(1000FBu) nk’uko itangazo ryanditswe na Ndugi Reverien, umunyamabanga w’uwo mugambwe muntara ribivuga.  Mubusome uko twaboronse: “Mukomere bagumyabanga balnyererarugamba,Mbonerakure namwe Bahumure Ubuserukizi bw’Umugambwe CNDD-FDD Mu ntara ya Cankuzo burabamenyesheje ko kuri uyu wagatandatu 20/7/2019 hategekanijwe guterera amatora ya 2020 Mu mugambwe iwacu ico gikorwa kizobera mumitumba yose hanyuma bibandanirize inzu kunzu umugumyabanga muto azoterera 1000 uw’Imana yateye iteka azotanga uko arongowe n’Imana Aba cadres baratumiwe kumitumba bavukako ntakindi gikorwa gitegekanikwe atari ico gusa ,Aho niho tuzobonera ukuntu komine yipanze igikorwa gisaba gukorana ibwira nubukerebutsi carnet de reçu zizobashikira imbere yiyo tariki Murakoze MN: 1.Dusabwa guhanahana Ubu butumwa 2.Ubu butumwa ntiburekuriwe gukwiragizwa kuma rezo sociaux Bigiriwe Cankuzo kuwa 15/7/2019 SP CANKUZO  NDUGI Révérien PO SBP ”  Mubivuzeko iki?
#Burundi: Umushingamateka Hussein Radjabu yahoze arongoye umugambwe CNDDFDD, ntacidegemvya.
Amakuru
dukura mu begereye Hussein Radjabu yahoze arongoye umugambwe CNDDFDD uri ku
butegetsi, umushingamateka Hussein Radjabu, avugako aheruka gufashwe n’abajejwe
umutekano mugihugu ca Tanzaniya muminsi iheze agapfungwa yagirizwa guhungabanya
umutekano w’impunzi z’abarundi.  Mu gihe
hamaze amezi atari make impunzi z’abarundi ziri mugihugu  ca Tanzaniya na cane cane iziri mw’ikambi y’impuzi
y’induta zirara ntibuca kubera ibitero vy’abagizi banabi aho vyagiye
biravugwako boba ari abarungikwa n’ubutegetsi bw’i Gitega ndetse n’amazina y’imbonerakure
amwamwe akaba yaravuzwe , amakuru dukura ku begereye umushingamateka Hussein
Radjabu atumensha ko aheruka gufatirwa murico gihugu n’inzego z’umutekekano agapfungwa
yagirizwa ko abarundi bafatanywe ibigwanisho murico gihugu bamenyeshejeko ariwe
abarongoye.  Tubamenyeshe
ko umushingamateka Hussein Radjabu ari mubagwanye urugamba rwa CNDDFDD ukiri mw’ishamba
kandiko bivugwako afise abanywanyi batari bake muri uwo mugambwe uri
kubutegetsi ndetse n’abashingamateka bashika 22 bakaba barakuwe munama
nshingamateka umwaka apfungwa ndetse akaba yanavuzeko ariwe akiwutwara  inyuma yaho atorokeye ibihero muntango z’umwaka
wa 2015. Tubibutseko munyuma
yahavuye atangaza ko afise umuhari ugomba gukura Petero Nkurunziza ukoresheje
umuheto aho yanavugako yinjira agasohoka mu Burundi atankomanzi.
#Burundi: Ihamwa ry’amasengero muntumbero yo kugumiza petero nkurunziza kubutetsi
#Burundi: Ihamwa
ry’amasengero muntumbero yo kugumiza petero nkurunziza kubutetsi Umugambwe
CNDDFDD wategekanije ibikorane mu gisagara ca Bujumbura vyatanguriye muri
komine Muha kuri uno wa kane igenekerezo rya 11 mukakaro 2019 aho amasengero
yose yabujijwe n’imbonerakure kwugurura anategekwa gutanga amafaranga 200000
Fbu yo gushigikira ico gikorane ndetse ubuzima bw’ikomine bwirirwa bwahagaze.  Kuri uyu wa kane habaye igikorane muri komine
Muha cabereye ahitwa mu Nyabugete kwa Sebatutsi muri zone kanyosha komine Muha
categuwe n’umugambwe CNDDFDD uri ku butegetsi catumye atakazi gakorwa kiretse
mu masoko aho hari abadandaza nta butike nimwe yegereye aho ico gikorane
cabereye yuguruwe co kimwe n’ibiro vya reta bikorera muriyo komine. Imbonerakure
zikaba zazidutse mu gikorwa co kwugaza amabutike n’amasengero yose akorera muri
komine Muha aho zatangisha ibihumbi amajana abiri (200000FBu) ku gashengero
kose kemewe n’amategeko yo kushigikira ico gikorane.  Mugihe mu mashengero baba bafise amasengesho
canke ibindi bikorwa vyabo, bakurikijwe ukwemera kwabo, ivyo bikorane biteguwe
n’abajejwe intwaro bikaba bihuza amadini yose kandi amakuru adushikira
bikazobandanya bitegurwa n’umugambwe CNDDFDD gusa nkako ntabikorane bikomeye
nkivyahora biba muci mumashengero akomakomeye bitangazwa. Kundwi iza ibikorane
nk’ivyo bikazobera muri komine Mukaza kuyindi ndwi , kikazobera muri komine
Ntahangwa buri munsi wa kane. Munyigisho zabaye uno munsi abapasitori nka Kabura
Daniel na Nzisabira Bosco bakaba bashimikiye kuvyerekeye amatora ya 2020 no
gukomeza ubumwe bw’amasengero. Amakuru dukura muri CNDDFDD amenyeshako bitegurwa
mu ntumbero yo kuzomenyeshako  Petero
Nkurunziza ariwe yatoranijwe n’imana kugira arongora uburundi gushika yisaziye
, canke akicwa n’urwakarago aho ndetse hoba hategekanijwe iyimikwa ryiwe nk’umwami
nk’uko twaheruka kubibabwira. Tubamenyesheko ivyo vyabaye mu gihe amashengero
yose yo mu gihugu yarasanganywe itegeko ryo gutegura neza inyubakwa  akoreramwo bitaruko  akugarwa kandi agategerezwa gutanga
amafaranga ibihumbi amajana abiri(200000Fbu) yo guterera amatora ya 2020, ivyo
abatari bake mubarongoye amashengero babonako ari agatotezo kuko abakirisu
bayasengeramwo basanzwe baratanze kenshi  intererano z’amatora.
Burundi : Abarundi barikuyeko intwaro y’« ibihume bihumeka » ?﻿
Kw’igenekerezo rya 01 mukakaro 2019 uburundi buhimbaza imyaka
57 iheze bwikukiye, reta ya CNDDFDD yarahinduye ibintu vyinshi harimwo n’icivugo
w’uburundi ; Ubumwe-Ibikorwa-Imajambere
casubirijwe n’Umwami-Imana-Uburundi bikaba
vyateye abatari bake kwibazako intwaro ya cami yoba igira igarukanwe mu
Burundi.  Buca iryo genekerezo rishika harashikirijwe ijambo
ry’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza aho yamenyesheje ko amazina y’ibibanza
bikomakomeye vyo mu gihugu yahindutse ndetse hitirirwa amazina y’abantu bahoze
bahambaye mu Burundi inyubakwa zitarubakwa.  Uturorero twatanzwe akaba ikibuga c’umupira cahora citirirwa
umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore, incungu yo kwikukira kw’uburundi
kuva ico gihe  yitirirwa intwari ; Ikibuga c’indege
mpuzamakungu c’i Bujumbura citirirwa Melchior Ndadaye, incungu ya demokrasi ;
amabarabara yari yitiriwe ihunduka ry’ubutegetsi nk’i ry’uwa 3 nyakanga ryibutsa
igenekerezo Major Petero Buyoya yafatiyeko ubutegetsi rikaba ryahindutse iryitirwa
umuhisi Adolphe Nshimirimana, irya 28 Munyonyo naryo ryari vyitiriwe igenekerezo
Micombero yafata ubutegetsi ryitirirwa Umwami Mwezi Gisabo,….utwo n’utundi
turorero yavuze tukaba ari duke nk’uko iryo jambo ryabivuga aho yamenyesheje ko
hari umugwi ugiye kuvyiga ukazoshikiriza ibizoba vyakozwe mu kiringo c’amezi
atatu ari imbere.  Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu akaba yamenyeshejeko
abakoroni bagereranywa n’ibihume bihumeka muri aya majambo : «  17.
Umuzo w’Abakoroni mbere Abarundi bo hambere bita ibihume bihumeka, wabereye
akaziri n’akabi kabishe Uburundi n’Abarundi. Uburongozi bwiza bwashira imbere
Ubutungane bwaratembagajwe, Umuryango soko ry’Iteka n’Itekane winjiranwa
n’umuryano, Imico myiza yo gufatana mu nda no gusonera agateka ka zinamuntu
ititurwa n’imico mibi y’uburyarya, agahotoro n’agacinyizo yazananye
n’abakoroni. » Umwami-Imana-Uburundi nticigeze
kiba icivugo c’intwaro ya cami Abatari bake barashikirije ivyumviro vyabo inyuma
y’ivyashikirijwe na Petero Nkurunziza mw’ijambo y’urwo rubanza rwahimanje
kuburyo budasanzwe. Pacifique Nininahazwe, umwa mu baharanira agateka ka zina
muntu hamwe n’umumenyeshamakuru Karayenga bashikirijeko ijambo rya Petero
Nkurunziza ryari ryuzuyemwo ikinyoma vyinshi ndetse aho banavuzeko ko
bimaramaje kubona umukuru w’igihugu atazi kahise k’igihugu atwara ; Kuvugako
icivugo Umwami-Imana-Uburundi yavuze
ko casubiriye Ubumwe-Ibikorwa-Imajambere
kubera arico abami bakoresha ngo sivyo nagato ahubwo icivugo cakoreshwa ku
ntwaro ya cami ngo cari : « Ganza
sabwa. » ahubwo bakavugako ico civugo cari ic’umugambwe UPRONA
washizeho.  Uko intwaro rusangi ishobora kubisikanya
n’intwaro ya cami.  Nk’uko
amakuru yo mw’ibanga dukura mu mugambwe uri ku butegetsi CNDDFDD abitumenyesha,
hariko harigwa ukuntu intwaro rusangi yofutwa ku mugaragaro hakagarukanwa
intwaro ya cami kandi mu minsi mike, amatora ya 2020 atarinze gushika kuko
bivugwako bitoba bigikunda bivanye n’uko amakungu n’abarundi batari bake
bayahanze amaso kuburyo no kuyiba vyohava bigorana kandi babonako “kuyatsinda ntibizoshoboka kubera abarundi
benshi barambiwe n’ubutegetsi bwacu.” nk’uko ayo makuru abivuga.    Hakaba hari impari zikomeye muri uwo mu gambwe zerekeye uwo mugambi w’intwaro ya cami aho bamwe babonako ahubwo hotunganywa amatora atarimwo Petero Nkurunziza abandi bakamenyeshako hako ava ku butegetsi bokwemera kugwana “mpaka uwanyuma apfuye”, arinabo boba bari kwisonga mugutegura iyimikwa ryiwe habanje guseseka amaraso:    « Tuzotumako imyiyerekano yo  gusaba Petero Nkurunziza ko yosubira kwitoza ubugira kane hanyuma abaporisi n’abasirikare bakazoba bafise itegeko ryo gufata abahoze mu nzego z’umutekano za kera babagiriza kuba inyuma yavyo, bafate abategetsi bose batugwanya botubera intambamyi hamwe no kurasa ku maguru abantu bazoba bari mur’iyo myiyerekano, hace haba akajagari gurtyo rero Petero Nkurunziza nka sebarundi azoca amenyesha ko kuva ubu ahagaritse imigumuko yose, kuko Imana yamubwiyeko  ataciswe umukuru w’igihugu ukundi ariko agiye kuba umwami w’uburundi.»  nk’uko isoko y’amakuru ryabandanije ribivuga.  Nk’uko
amakuru ava muri uwo mugambwe CNDDFDD abivuga, bamwe mubatemera ko Petero Nkurunziza
abandanya atwara uburundi boba baratanguye kwegeranya imikono y’abatamushigikiye
mu gihugu cose aho uwanse gutera umukono kugwandiko rusaba Petero Nkurunziza
guhagarika umugambi wo kwizingitira ku butegetsi yoba akubitwa agashaya,
bikavugwako harimwo abasoda n’abapolisi ari nayo ntambamyi uwo mugambi wo
kugarukana intwaro ya cami ufise kubw’isoko yayo makuru.  Tubibutseko
imbere y’imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza mu
mwaka wa 2015 hari umugwi w’abanywanyi w’uwo mu gambwe CNDDFDD wegeranije
imikono y’abatari bake babimubuza bikaba vyahavuye bibaviramwo guterwa ubwoba,
bamwe barahunga kandi bari bafise intebe zihambaye mu gihugu abandi mu mugambwe.
#Burundi: Vers la fusion du parti UPRONA Aile Ngayimpenda et UPRONA Aile Abel Gashatsi
Alors que l’on croyait que les ténors du parti
UPRONA Aile Ngayimpenda étaient des alliés d’Agathon  Rwasa dont ils formaient d’ailleurs ensemble
la coalition Amizero y’Abarundi depuis 2015, ils sont sur le point de fusionner
avec  l’UPRONA des institutions, reconnu
par le gouvernement en place.  Selon notre source dans l’UPRONA qui a gardé
son anonymat, Abel Gashatsi a tenu une réunion du comité exécutif du parti
UPRONA gouvernemental avec ceux du parti de Ngayimpenda hier soir à Bujumbura
alors qu’il était de retour de Gitega où ce leader de l’UPRONA avait participé
à la séance de moralisation de Pierre Nkurunziza à l’endroit des leaders des
partis politiques agréés et autorisés à travailler au Burundi.  Toujours selon notre source, tout est prêt
pour la fusion de ces 2 ailes de l’UPRONA. Des comités du sommet à la base de
l’UPRONA sont d’ailleurs mobilisés pour le même ordre d’idées et même le
calendrier a été établi pour cette fin qui va jusqu’à septembre 2019. Ces
Upronistes ont un but de présenter un même candidat aux prochaines
présidentielles de 2020.  Selon un observateur contacté, ce serait un
coup dure dans le pied de l’opposition qui s’était convenu de présenter un plan
commun pour tous les opposants contre le CNDDFDD avant de penser à participer aux
prochaines échéances électorales !
Burundi: Amakuru y’abapfunzwe hariwo n’ikiziga c’umuntu
1. #Burundi: Ikiziga c’umuhisi Alain Gahungu yapfuye mu ntango z’ukwezi kw’icumi na kabiri 2018  inyuma y’isanganya yagize. Kikaba gipfungiwe mu buruhukiro bw’ibitaro Kira Hospital. Umuryango wiwe usabwa imiriyoni mirongo itandatu n’umunani( 68 millions) yo kuriha ivyo bitaro aho babanje kugerageza kumuvura imbere yuko acikana. Mugihe uyo muhisi yavuka i #Mbuye mu ntara ya #Muramvya, umuryango wiwe wumvise ko apfuye ariwe bari bahanze amaso, mwenewabo yaciye ahahamuka ubu akaba agwaye mu mutwe, nyina wiwe nawene asanzwe ari umutamakazi ataco yirengeje yaciye afatwa n’akabonge bivanye n’uko uwo muryango uhonye. Abazi uwo muryango basaba ko ivyo bitaro vyokwihangana bikabaha ico kiziga, abafise umutima wo gufasha bagafasha kuvuza abo bantu vyagizeko ingaruka mbi, gurtyo bakize bakabona gusaba amafaranga go kwishura ivyo bitaro canke bikayafata nk’ubuhombe vyagize mugihe bitoyaronka. 2. #Burundi:Inyuma yo gupfungwa indwi z’ibiri, ,Mvuyekure Abdala batazira #Machette, umutama arenza imyaka 60 yasohowe agasho ka comisariya y’igipolisi yo mu #Cankuzo uno musi ajanwa ahantu hataramenyekana. Amakuru dufise n’uko yaguye mumutego wo kugura inka bivugwa ko yari inyibano mugihe uwo bayiguze yidegemvya. Uyo mutama yakora akazi k’ubuyangayanga ariko atoroherejwe. Mugihe bibazako yoba azira ibindi, abamwegereye banatinyako ashobora kugenda amazimayongo nka Jonas Mugara yaheruka kuburwa irengero aho bivugwako yoba yagandaguriwe muruvubu mu mpera z’ukwezi kw’icumi 2018 yari yafashwe n’iperereza . Soma inkuru bijanye n’ivya #Machette
Burundi : Abajejwe indero mu makomine y’intara ya Cibitoke basabwa kwegeranya ibitasi  vyo guterera amatora ya 2020 vy’abo batwara.
Mugihe  ibitasi vyo guterera amatora ya 2020 abanyeshure
bo mu ntara ya Cibitoke barihiyeko bibitswe ku mashure yabo, abajejwe indero
muma komine agize iyo ntara nabo basabwa kwegeranya ivy’abo batwara navyo
bikabikwa. Ivyo tegeko
ryasohotse mur’iyi ndwi ataho ryanditse risaba ko umukozi wese akora mur’ico
gisata c’indero mu ntara ya Cibitoke  azotanga  kwa DCE ibitasi yarihiyeko intererano z’amatora
ya 2020 vy’imyaka ibiri.  Bikavugwako abo
bazosanga bataterereye bazoca « babakorerako », kuronka  ibihano, nk’uko isoko ryacu mu Cibitoke
ryabandanije ritubwira ariko ritashoboye kumenya ubwoko bw’ibihano biraririye
abo bantu. Tubibutseko
umukozi wa reta wese yama akatwa intererano y’amatora ya 2020 uko ukwezi
gutashe, kuri konte ahemberwako(Retenue à la source) ariko izo ntererano zindi
zitangwa mu minwe ukwazo naho ari zimwe.  Imyidogo ikaba
ari myinshi mu miryango kubera intererano z ‘umurengara itanga bivanye
nuko abenshi basanga bazitanze  gatatu canke
karenga : Abari mu mashirahamwe atandukanye, amasengero n’imigambwe basabwa
guterera amatora ya 2020 kimwe kimwe ukwaco bataravye ayatanzwe n’imiryango
canke ahandi.
#Burundi : Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza asaba abarundi kwitegurira intambara.
Mu cegeranyo casohowe n’ishirahamwe ry’abantu b’intungane, RCP cerekeye imyiyerekano yabaye mu Burundi mu mezi abiri aheze, bavugako umukuru w’igihugu yasavye abarundi kwitegurira intambara no kwigura igihugu.  Ico cegeranyo
casohotse kw’igenekerezo rya 8 nzero 2019, kivugako mu kwezi kw’icumi na rimwe
2018, inyiyerekano yama iba uko uwagatandatu utashe yahuriranye n’indwi
yahariwe umugwanyi, yahimbajwe n’abahoze bagwanira FDD. Rikavugako kabaye
akaryo ko gushikiza amajambo y’iterambwoba yateye ubwoba abatavuga rumwe na
reta.  K’umusi wo
gusozera iyo ndwi yahariwe umugwanyi, umukuru w’igihugu akaba  yahamagariye abanyagihugu kwitegurira
kugwanira igihugu, no ku cigura bakacigura nka Bihome, Rwagasore n’abandi nk’uko
tubandanya tubisoma mur’ico cegeranyo. Ishirahamwe RCP
rimenyeshako mur’iyo ndwi yahariwe umugwanyi, abahoze ari abagwanyi ba FDD n’imbonerakure
z’umugambwe uri ku butegetsi bambara imyambaro y’inzego z’umutekano bakongera bagatambuka
gisoda imbere y’ishengero ry’abantu izuba riva ataco binona.  Ishirahamwe RCP
ribandanya rivugako mu kwezi kwa cumi na kabiri naho imyiyerekano yar’iyo
kwiyamiriza abiswe « Abansi b’igihugu ». Aha bakavuga abiyamirijwe ko
ari: uwutwara ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mahamat, umukuru w’igihugu
ca uganda Yoweri Kaguta Museveni, akaba n’umuhuza mu matati y’abarundi kamwe n’abandi.
Bose bakagirizwa ko bisuka mu mw’itunganywa ry’igihugu kandi carikukiye.  Ishirahamwe RCP
rimenyesha ko reta y’uburundi igerageza kwikurako amabi ikora ikarondera kuyata
ku ma reta n’amashirahamwe vyo hanze aho
gutora umuti w’ingorane itera yo nyene.  Ishirahamwe RCP
ntiryasize inyuma ivyerekeye amakete cayice ku mbuga ngurukana bumenyi
yahanahanywe hagati y’abakuru b’ibihugu vya uganda n’uburundi aho nk’iryo
Petero Nkurunziza yaronse ryarimwo impanuro, ariko reta y’uburundi ibonyeko
ataco yoshikiriza igaca ishima guhamagaria abanyagihugu mw’ibarabara. Ico
cegeranyo kivugako  imyiyerekano yabaye
mu kwezi kwa cumi na rimwe n’ukw’icumi na kabiri yatumwako n’abajejwe intwaro
ndetse n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu no gukundisha igihugu itunganijwe
n’umugambwe CNDDFDD uri ku butegetsi ikabera  igihugu cose. Iryo shirahamwe ryarangije rapport yaryo rihanura reta y’uburundi gusubiramwo
amajambo ashikirizwa mu myiyerekano kuko ayashikirizwa arayo kubiba urwano, Kwirinda amajambo
ateranya uburundi n’amakungu hamwe no kurekera umwidegemvyo abanyagihugu bataba
bipfuza kuja mu myiyerekano itumako.  Risaba ayandi
mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike kwama na ntaryo aharanira
agateka ka zina muntu  Rigahanura abanyagihugu
kwama bafatanye mu nda badoma urutoke kw’ihonyangwa ry’agateka ka zina mu ntu
rigirwa n’ubutegetsi. Bandanya musome raporo yose mufyonze ngaha.  Canke k’urubuga rw’iryo shirahamwe  RCP arirwo www.rcpburundi.org/
#Congo: Umukuru w’igihugu mfatakibanza yaraye amenyekanye
Muri reta iharanira demokrasi ya #Congo, umugwi ujewe amatora waraye utanze amajwi mfatakibanza yavuye mu matora yo kw’igenekerezo rya 30 kigarama 2018. Umukuru w’igihugu mfatakibanza ni Félix Antoine TSHISEKEDI TSHILOMBO yatowe n’abantu 7.051.013 n’ukuvuga 38,57%. Uwakabiri muri ayo matora yabaye Martin FAYULU MADIDI yatowe n’abantu 6.366.732 ni ukuvuga 34,83% Uwagatatu aba Emmanuel SHADARY yatowe n’abantu 4.357.359 n’ukuvuga 23,84%Ayo matora yitabwe n’abantu kur’ugero rwa 47,56% Tubamenyeshe ko hari uduce tutari twaroye kandi ko ivyo vyavuye mu matora vyashikirijwe inyuma y’uko amakungu amaze gusemerera ngo ni banyarutse ndetse n’ubufaransa bukaba bumaze kwiyamiriza ayo majwi nk’uko amakuru adushikira abivuga.Bafise umwanya wo kuvuga ibitagenze neza, imisi itari musi y’indwi hanyuma ibiharuro ntabanduka bikazovurwa na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro inyuma y’imisi ibiri ico kiringo kirangiye.
Burundi : Himirije gushingwa ibicaniro vyo gusenga « imana atawuzi iyariyo.»
Amadini canke
amashengero arabandanya atotezwa, inyuma yo gushiraho ku nguvu abarongoye
amashengero atari make bayoboka umugambwe CNDDFDD, ekleziya katorika iherutse
kwifatirwa mugahanga n’abategetsi buwo mugambwe mugihe himirije gushigwa
ibicaniro vyo gusenga imana yemewe n’umwo mugambwe izoba ifise igicaniro mu
ntara ya Gitega.  Mu birori vyo gutanguza icese urunanini rw’abapfasoni b’aba pasitori, REFEPEBU vyabereye munyubakwa y’amakoraniro yitiriwe Jean Paul II yo mu Kinindo, mu gisagara ca Bujumbura kw’igenekerezo rya 14 nyakanga 2019, Denise Bucumi Nkurunziza, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, yamenyeshejeko hagiye gushingwa ibicaniro vyo gusenga ku mitumba yose igize uburundi ngo aho bazosengera ibihe vy’amatora uburundi  bwimirije.  Mw’ishirahamwe
RCP, urunani rw’abanyagihugu b’intungane babonako itotezwa ry’amadini atadukanye
bidafise insiguro na ntoya mugihe umugambwe CNDDFDD ariwo wivugira ko washize
Imana imbere ndetse ukaba warashize no mw’ibwirizwa nshingiro ko umurundi afise
uburenganzira bwo gusengera mw’idini ashaka ariko akaba ariwo uja imbere mu
gutoteza amadini afise abanywanyi benshi « wicurako bohava bigisha ivyo
udashaka » Nkuko muvyumva mu kiganiro Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye
ivyo shirahamwe yaduhaye.   Tubamenyesheko
guskika ubu ishengero ry’abasabato(Adventiste bo ku munsi w’indwi) birirwa
baraburagizwa gisenga, ishengero rya Pentecote rifise ingorane zivuye ku
burongozi hirya no hino mu gihugu ndetse amadini atari make kukaba aruko mu
gihe umugambwe CNDDFDD wama utunganya ibikorane kandi uri mukwuzuza ingoro yo
gusengeramwo yitwa igicaniro mu ntara ya Gitega, umugwa mukuru w’uburundi aho
uwo mugambwe wihaye ama hectares arenga ane arimwo n’inyubakwa za reta ku mwaka
uheze.
Burundi: Ihagarikwa ry’ivyirwa kubanyeshure baturuka mugihugu ca Reta iharanira intwaro Rusangi,RDC
Abanyeshuri baturuka mugihugu kibanyi ca RDC biga mumakaminuza yo ngaha mu Burundi bahagaritse ivyigwa biturutse ku ngingo ya reta y’uburundi yo gupfunga bagenzi babo murino misi. Ivyo bikaba vyashikirijwe mu rwandiko rwasohowe n’ihuriro ry’abo banyeshuri bava mur’ico gihugu biga mu Burundi bwose ariyo CECOB mumpfunyapfunyo y’ururimi rw’igifaransa, ku munsi w’Imana igenekerezo rya 22 Nyakanga 2019.  Muri iryo tangazo, abo banyeshuri bakamenyesha ko bahagaritse ivyirwa kuva kuri uyu wambere igenekerezo rya 23 Nyakanga 2019 ku banyeshuri biga kumakaminuza yose ari kubutaka bwose bw’Uburundi.  Iryo tangazo rikaba ritamenyesha neza ikiringo canyuma c’iryo hagarikwa, aho rimenyesha ko ivyirwa bizosubira kubandanya ukuri kwamye mugihe ingingo yafatiwe abanyeshuri baturuka mur’ico gihugu ca Congo ryo kubatoteza, babafata bakabafunga bazira ko boba badafise ivyangombwa bikwiye bitangwa n’igipolisi kijejwe uruja n’uruza.  Bakavugako iryo totezwa ryabo rikorwa n’abapolisi ba reta y’uburundi, hakaba hamaze guharura abanyeshuri bagera kuri mirongwicenda (90) muribo bafashwe mukuringo c’indwi imwe gusa.Iryo tangazo rikaba ryashizweko umukono n’uwurongoye iryo huriro ry’abo banyeshuri baturuka mu gihugu ca republika iharanira intwaro rusangi ya  Congo, Vital CIRHUZA M.  Iryo huriro ry’abo banyeshure rikaba risaba ko abarongoye abandi mu makaminuza yose yo mu Burundi yovyitwararika mu gushira mungiro iryo hagarikwa gushika aho reta y’igihugu baturukamwo ifadikanije  na reta y’Uburundi bazotorera umuti ico kibazo.  Ako kamo kakaba kitabiriwe n’abarongoye abandi mu makaminuza, aho ni mu gihe hari urundi rwandiko rusa n’urwo rwasohowe n’abanyeshuri  babbagenzi babo basanzwe bakurikirana ivyirwa vyabo muri kaminuza ” Hope of Africa University” narwone rumenyesha ihagarikwa ry’ivyirwa mugihe benshi baguma batotezwa na reta ya Nkurunziza. Ntitwashoboye kuronka umuvugizi w’igipolisi ngo atange umuco kuriryo hagarikwa ryabo banyeshure.
Hari urunani rwa politike rushasha rwavutse mu Burundi
Inyuma yo kuva murunani CNARED, abanyepolikike bamwe bamwe bagize urunani rushasha  rwitwa CFOR ARUSAHA ruje guhabuza amasezerano ya Arusha kw’igenekerezo rya 09/9/2019 i Bruxelles mu Bububirigi.  Nk’uko Charles Nditije umwe mubagize
urwo runani yabidushikirije, CFOR ARUSHA rugizwe n’imigambwe ; Kaze FDD, NADEBU,
UPD, RDB, UPRONA n’abandi banyepolitike rukaba rushinzwe kugira bahimirize
abarundi bashobore kugwanya intwaro ya Petero Nkurunziza imaze imyaka irenga
cumi ihagaze kugakanu abarundi.  Mw’itangazo urwo runani rwashize
ahabona kw’igenekerezo rya 10 nyakanga 2019, rwashinzwe hihwejwe intambamyi n’ukwihenda
vyagiye biranga abanyepolitike batari bake hanyuma hashigweho intumbero nshasha
n’uburyo bushasha bwo kugwanya intwaro ya CNDDFDD. Rukaba rurongowe na Chauvineau
Mugwengeze, icegera ciwe akaba ari Fréderic Bamvuginyumvira yigeze kuba icegera
c’umukuru w’igihugu.  Kuvyerekeye amatora ya 2020 urwo
runani rubonako abanyepolitike bari bahunze bariko bashaka kuyitaba ari
ukurambirwa no guhemuka.  Tumaze kubona mw’itangazo ryasobowe n’urwo
runani ndetse na Karori Nditije akabishimangira ko urwo runani rwugururiwe n’abadaharanira
ivyicaro vya politike twegereye bamwe mubarongoye ayo mashirahamwe tubabaza ko amashirahamwe
yabo yoba yiyunze canke afise umugambi wo kwiyunga n’abanyepolitke batwishuyeko
atarivyo ndetse umwe atubwirako vyoba vyashikirijwe uko kugira urwo runani
rwizerwe ariko ko amashirahamwe adaharanira ivycaro vya polike atokwubahuka kwinjira
muvya politike.  Tubamenyeshejo mumigambwe yahora muri
CNARED, umugambwe MSD na CDP iri muyitavuzwe mururwo runani rushasha.
Burundi: Hari ukutumvikana hagati y’abajejwe intwaro n’abajejwe umutekeno inyuma y’ihohoterwa ry’impunzi z’i Mutaho.
Mu nama y’umutekano yabaye kuri uyu wambere igenekerezo rya 26/8/2019 muri komine Mutaho intara ya Gitega, harabaye kutumvikana hagati ya Musitanteri n’uwutwara abapolisi mur’iyo komine.  Denis Niyomuhanyi, atwara komine Mutaho yagiriza uwujejwe igipolisi kwaka igiturire abagendesha ama moto kugira babandanye bakora, ivyo navyo tukaba twari twarabibabwiye mu makuru yacu yo kw’igenererezo rya 25/8/2019 Mur’iyo nama y’umutekano yejo hapfunditswe yuko uwugendesha imoto asabwa kuba afise casques zibiri; iyiwe n’iy’umukiriya bakabona guhabwa ama moto yabo yari yafashwe atapfungwa.  Tubamenyeshe konaho biruko mw’ikambi y’impunzi y’i Mutaho hazindutse hibonekeza umuduga w’igisoda n’ibiri y’igipolisi zavyutse zizunguruka iyo kambi y’impunzi aho bikekako hoba hari urundi rwaruka rwoba rugomba gufatwa. Ubwoba bukaba butarahera muriyo kambi.
Burundi: “Genda mwiyamirize umukuru w’igihugu yemera ko bamuhindurira idarapo iyo agiye mu mahanga nka Irani”
Uwobwira abari mu myiyerekano y’ingoma ejo haheze, ati genda mwiyamirize umukuru w’igihugu yemera ko bamuhindurira idarapo iyo agiye mu mahanga nka Irani, nta n’umwe wobona ! Aha Petero Nkurunziza yari muri Irani muri 2013 agifise iteka ryo gusohoka igihugu akicarana n’abandi bakuru b’ibihugu. Ni igiki catumye idarapo ryacu rihindurwa ico gihe? Ibihugu bifise idarapo birimwo urunyenyeri rw’amasonga atandatu (étoile de David) ni bibiri kw’isi: Uburundi na Israël. Kubera Irani yankana urunuka na Israël, ntibashobora kwemera urwo runyenyeri mu gihugu cabo. Niyo mpamvu idarapo ry’Uburundi kugira ryemerwe babanje kurihindura, bashirako inyenyeri z’amasonga atanu. Maze Nkurunziza aragenda afise idarapo ritabaho mu gihugu na kimwe, kuko idarapo ry’Uburundi riravuzwe neza mw’ibwirizwa shingiro uko rishushanijwe. Nta kuntu ivyo navyo vyoronka imyiyerekano ga yemwe ? Mbega abahinduye ingoma bo, bakayigira iy’umugambwe, bakayandikako amajambo atera ubwoba abatawurimwo, bakayiremeka inkona, ubwo bo wa mushikiranganji ntaco yobabwira? Nkeka nabo nyene barivye ingoma n’imico kama y’abarundi … Ivyo vyanditswe na Pacifique Nininahazwe kurubuga rwiwe rwa facebook
Burundi: Imbonerakure zoba ziteguriye kwiba amatora ya 2020 no kumara abo batavugakumwe
Kur’uyu wa gatandatu igenekezo rya 17 myandagaro 2019 urwaruka rw’umugambwe CNDDFDD uri ku butegetsi rwaraye rusozereye indwi yahariwe Imbonerekure aho amajambo y’iterabwoba ariyo yumvikana irya nino mundirimbo n’ivyivugo vyazo. Imbonerakure zari zimaze indwi yazihariwe mubikorwa bitandukanye harimwo kwigishwa akarangamutima kazo, zaraye zishize ahabona imigambi CNDDFDD ifise haba mu mibano n’ivya politike.  Mundirimbo zaririmbwa nimbonerakure kumunsi w’ejo humvikana amajambo yo kuzogirira nabi abatavuga ruwe n’umugambwe CNDDFDD  Hagati aho, ingoro z’umugambwe CNL utavuga rumwe na CNDDFDD zo mu Kanyosha na Gisyo zaraye zibomowe mumasahindwi y’ijoro rya 17 rishira 18/8/2019, aho hari abibazako ari imbonerakure zoba ziriko zishira mu ngiro ivyo zari zimaze imisi zigishwa.  Tubamenyeshe ko ivyo vyose bibaye hari hamaze imisi havugwa itahuka ry’abatavuga rumwe na reta bari muri CNARED ngo bazokwitabe amatora ya 2020 ariko ntibibonwe kumwe haba mubavuga canke abatavuga rumwe na reta.
Burundi : Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya pilitike agiye kuzogira ico ashikirije abarundi n’amakungu.
Kw’igenekerezo rya 08/8/2019, mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yaragize ikiganiro aho yarabiye hamwe uko ivyerekeye politike n’agateka ka zina muntu vyifashe mu Burundi bakoranijwe n’ishirahame rukirisu ryishize kurandurana n’imizi ihohoterwa, ACAT Burundi Ayo mashirahamwe adaharanira
ivyicaro vya politike asanzwe abandanya akora bitoroshe mu gukora akazi kayo
kubera ingorane za politike zadutse mu Burundi kuva mu mwaka wa 2015 abayagize
batari bake bagahunga, yararabiye hamwe uko ibintu vyishashe mu Burundi aca
aragize ingingo afashe. Umushingwamanza Armel Niyongere arongoye ishirahamwe ACAT Burundi, amenyeshako vuba bagiye gusohora urwandiko rwerekana aho amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ahagaze.
Burundi: Abarongoye ishengero ry’aba adventiste bo ku munsi w’indwi ku Muterero bafashwe bubandi
Mugihe ishengero ry’aba adventiste bo ku munsi w’indwi mu Burundi bamaze amezi atari make mungorane z’abarirongoye, kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 26 mukakaro 2019, abarirongoye kw’ishengero ryo ku Muterero muri komine n’intara ya Cankuzo bafashwe n’abapolisi, barabohwa hanyuma bajanwa ahataramenyekena. Mugihe amasengesho yaragire ahere mw’ishengero mur’iyo shengero, isaha cumi n’imwe n’iminota mirongo ine n’itanu niho abapolisi bashwara mu bakirisu, bagafata abahora barongoye iryo shengero bakababoha bakabakubita babicayeko mumodoka, babatwara ahantu hataramenyekana gushika ubu. Tubamenyesheko mu kwezi guheze ishirahamwe FORSC ryari ryanditse ihohoterwa ry’abo bahora barongoye abandi ku Muterero kandi ko izo ngorane zatanguriye i Bujumbura aho uwurirongoye mu Burundi,  Pasteur Docteur Joseph Ndikubwayo atemerwa n’abatwara iryo shengero ry’aba Adventiste bo ku munsi w’indwi kw’isi yose bari muri Reta zunze ubumwe za Amerika ahari icicaro gikuru, ahobikavugwako boba bamwagiriza  kwinjiza ivya politike y’umugambwe CNDDFDD mw’ishengero.
Imyaka itanu igira ihere ata mushikirangaji n’umwe ava mu ntara ya #Cankuzo agenywe muri reta y’u #Burundi﻿
Mugihe Évariste Ndayishimiye, umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri kubutegetsi #CNDDFDD aherutse kugendera intara ya #Cankuzo kwugurura ingoro y’uwo mugambwe, yabwiye abanyagihugu baho aribo bambere babanye mu mahoro ugereranije n’izindi ntara. Igihe yabisikanya na Pascal Nyabenda gutwara uwo mugambwe, uwo nawe akaba ariwe aramutswa inama nshingamateka, yari yamubwiyeko intara ya #Cankuzo ariyo yambere yamugoye gutwara imyaka yose yari yarongoye umugambwe. Guhera ico gihe muri 2016 ntabategetsi bakomakomeye muri Reta basubiriye kugenwa n’umukuru w’igiguhu bava muriyo ntara nkuko vyahora imbere yaho, ikitavuzwe coco ni umushikiranganji. Mandat ya gatatu ya Petero #Nkurunziza ikaba igiye guhera bikiri uko mugihe iyo ntara ifise abaminuje batari bake mbere n’abanonosoye barimwo. Tubamenyesheko kuva Pascal Nyabenda avuze ivyo ariho hatangura kwibonekeza abakora mw’iperereza bava muzindi ntara, abo nabo bakagirizwa urupfu rw’abatari bake nka Simon Bizimana, Mugara Jonas n’uwaramuhetse kumoto, n’abandi ndetse n’abapfunzwe bazira irementanya nk’uko amakuru dukura mur’iyo ntara abivuga. Ivyo vyose bikaba mugihe umukuru w’inama nkenguzamateka Reveriyano Ndikuriyo yaciye agura itongo aho mu Cankuzo aho mbere n’itongo ryashingurwamwo abitavye Imana ryaciye ryimurirwa hafi y’iryo tongo ryiwe naho abanyagihugu batasiba gusemererako bitaborohera gushika murico kibanza iyp babuze umuntu.
Burundi: « Ico mbona giteye ubwoba cane n’uko uriko uraraba ibiba mur’ino minsi, bishoboka n’uko ahubwo haba intureka, ingwano iteye ubwoba  mubavukana. »
Mu kiganiro Umushingwamanza Janvier Bigirimana, umuhuzabikorwa w’isekeza Tournons la Page Burundi ku rwego rw’igihugu na Anschaire Nikoyagize arongoye ishirahamwe Ligue Iteka bahaye ikinyamakuru Itara Burundi kw’igenekerezo rya 17 Mukakaro 2019, baravuze ibijanye iryo sekeza  Tournons la Page bongera bavuga n’ico babona kuburundi.  Kubw’umushingwamanza Janvier
Bigirimana avuga ati : « Icona ciza nuko abo bakora amabi bokwikebuka,
nayo ahandi kubona baguma bavuga yuko hariho abarundi banka uburundi, hari
abarundi baguma bashaka gutembagaza ubutegetsi, twibazako ari imvugo iriko
irasaza kandi ataho ifatiye. »   « Biribonekeza yuko n’abari mu
gihugu, birigwa baricwa, birigwa barirukwako buhongo, abanyuruzwa, abapfungirwa
ubusa, amazu aturirwa, Gusa muri Ligue Iteka ico mbona giteye ubwoba cane n’uko
uriko uraraba ibiba mur’ino minsi, bishoboka n’uko ahubwo haba intureka,
ingwano iteye ubwoba   mubavukana. » Anschaire Nikoyagize afatiye ku
vyegeranyo bitangwa na Ligue Itaka vyerekana ukuntu abari mu mugambwe CNL wa
Agathon Rwasa bama batotezwa bakabuzwa gukora mu mwidegemvyo.  Tubamenyesheko Tournons la Page ari
Isekeza rikorera mu bihugu icenda vya Afrika hamwe n’iburaya, mu Burundi rikaba
ryatanguye mu mwaka wa 2015 ariko ubu rikaba rigomba rigwize ibikorwa kurusha
ubwambere nk’uko muvyumva muri iyo video.
Burundi : “Abasoda n’abapolisi bavuye mw’ishamba ariko ryoryo ntirirabavamwo.”
Mugihe abarundi n’amakungu bitezeko haba amatora mu Burundi guhera kw’igenekerezo rya 20 rusama 2020, abasoda n’abapolisi bahoze bagwanira CNDDFDD ikiri mw’ishamba, basigaye bakorera hamwe n’imbonerakure mu mugwi w’abagwanyi bamwe bakiyita ABAZULU, ABARUGWANYE abandi ABASATIRIZI uterekwa abatutsi.  Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, imyiteguro ni myinshi mubasirikare n’abapolisi bahoze bagwanira FDD, umuhari wahoze mw’ishamba ubu ukaba ari umugambwe CNDDFDD uri kubutegetsi aho bamaze kuja hamwe n’imbonerakure bakagira umugwi w’abagwanyi bitakiri ibanga. Uwo mugwi bamwe biyita Abarugwanye abandi Abasatirizi, abandi Abazulu. Amazina tutashoboye gutandukanya ariko mukwidondora mumigwi ya Whatsapp bashizeho, bakoresha imvugo ya gisirikare n’ama numéro y’akazi(Matricules) ico tutashoboye kumenya n’uko abasoda n’abapolisi bavuga izo bakoresha mukazi gasanzwe n’uko ari nshasha baronkeye muri uwo mugwi.  Akarorero tubashikiriza uno munso ni aka groupe whatsapp imwe yitwa “ABAZULU TURI 1” gushika kw’igenekerezo rya 18/4/2020.  Twarashoboye kumenyako atamututsi n’umwe yemerewe kuyijamwo, uwihenze akajamwo arakurwamwo, ndetse kubera basaba amafoto abinjiye, biranashoboka ko yonaheza akagirirwa nabi. Hakaba hatangigwamwo amakuru yerekeye umutekano yo hirya no hino mu Burundi, Somaliya, RDC, centrafrika aho abari mur’uwo mugwi bose baherereye, indirimbo zibiba amacakubiri zifata abatutsi nk’abansi b’igihugu mumajambo ahinyitse “Intwaro z’aba PDC tugiye kuzisezerera”, n’ayandi majambo ateye ubwoba.  Ivyo bikaba vyaje vyongera kumakuru yama yavuzwe ko imbonerakure zahejeje imyimenyerezo ya gusirikare hirya no hino mugihugu, kandi amajambo aca muri ben’ayo ma groupes whatsapp akaba yerekanako mu Burundi atagikozwe vuba ngo iyo ngendo ihagarare, abantu bari mu bwoko bw’abatutsi ari umunsi umwe bakabona ivyo abo mu gihugu kibanyi c’urwanda babonye mumwaka wa 1994.  Twashimye kubereka bimwe muvyaciye mur’iyo groupe kw’igenekerezo rya 18/4/2020:
#Burundi: Mugamba, abapolisi n’abasoda bishe umuntu, abandi nenshi babatwara ahatazwi.
Umuntu azwi kw’izina rya Niyongabo, wo kumutumba Gakaranka, zone kivumu komine Mugamba mu ntara ya Bururi yagandaguwe aca arahambwa n’abapolisi,abasoda be n’abakozi bo mw’iperereza kuri uno wa mbere igenekerezo rya 09 ntwarante 2020 Nk’uko amakuru adushikira abivuga, Abakizi b’iperereza ry’i Makamba, bafadikanije n’abapolisi b’i Bururi hamwe n’abo kw’ikomine Mugamba bafadikanije  n’abasoda bari kukirindiro c’i Gatwe muri komine Mugamba nyene baraye ku  musozi Gakaranka baraririye urugo rw’uwitwa Niyondiko bamuraririye, abandi baporisi babasangayo  mugatondo kare uyu musi wambere.  Uyo Niyondiko,bivugwako yari mubiyamirije ikiringo ca gatatu ca petero Nkurunziza baciye bamusanga munzu baramwica bakoresheje inkoho, baciye bategeka abaraho kuja kumuhamba batwara n’abandi banyagihugu batari bake. Umukozi w’uwitwa Niyongabo n’uwuwo  Niyongabo bishe, umupfasoni yitwa Gaudence afise umugabo yitwa Kameya, n’abandi benshi igitiri tukaba tutashoboye kukimenya. Bikavugwako bagenda baregeranya munzira abo batwara harimwo uwitwa Karekezi w’i Nyagasasa, umuhungu yitwa Toto mwene Benoît n’abandi.  Bikavugwako hakoreshejwe imodoka zifise amaparati akurikira: A 454 A PNB, A 322 A PNB, A 402 A PNB, na C 448 A IT. Tubamenyesheko atamisi iheze muri komine Nyabiraba yo muri Bujumbura rural haturatujwe imiryango yo mu bwoko bw’abatutsi ngo bave mumatongo yabo atakindi bazira atari ubwoko. Abanyagihugu baho bakaba basigaranye ubwoba ko ihonyabwoko ritanguye.
Burundi:  Igipolisi coba kigiye kuja hejuru y’igisoda hifashishijwe inguvu z’imbonerakure.
Mugihe abasubijwe mubuzima busanzwe bahora batwarwa mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi n’abahoze kurugamba, kuva kw’igenekerezo rya 27 gushika 31 nzero 2020 abahoze mu gipolisi c’uburundi bazokwitaba mu bugenduzi bukuru bw’igipolisi  mu ntumbero yo gutanga imyidodoro yabo bikavugwako bagire baroswe akazi kadasazwe ko gushinga igisoda c’imbonerakure zahejeje imyimenyerezo ya gisirikare.  Nk’uko amakuru ava mu mugambwe CNDDFDD uri kubutegetsi abivuga, muntumbero yo kwongereza inguvu z’imbonerakure, zigiye kuronswa ibigwanisho kubwinshi hisunzwe itegeko ry’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza aheruka gutanga aho yatanze ikiringo c’amezi atatu kugira abatunze ibigwanisho batabifitiye uruhusha bazobe babisubije aho bivugwako isakwa rizoba kubatari imbonerakure gusa. CPG Alain Guillaume Bunyoni arongoye ubushikiranganji bw’umutekano gukinga no gutabara mu gihe c’ibiza bikavugwa  ko ariwe azoba atanga amategeko mur’ico gisoda comw’ibanga no mugihe Petero Nkurunziza yoramuka avuye kubutegetsi. Nk’uko ayo makuru abandanya abivuga, gushika aya masaha y’iri joro ryo kw’igenekerezo rya 25 nzero 2020, imbonerakure zifise umurongo ngenderwako wo gucungera umutekano utaruzwi n’ubushikiranganji bwo kw’ivuna abansi  canke bw’umutekano.  Tubamenyesheko ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi n’abahoze kurugamba naho aribo bategerezwa kumenya ikintu cose c’abahoze munzego z’umutekano basubijwe mu buzima busanzwe, amakuru adushikira avugako batamenyeshejwe ivy’iryo tunganywa ry’inguvu z’igisoda ziriko  zihambwa imbonerakure.
Burundi : Urugendo rutoroheye Pascal Barandagiye mw’ikambi y’i mpuzi z’abarundi i Kakuma muri Kenya.
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mugihugu c’uburundi,
Pascal Barandagiye yagendeye impunzi z’abarundi zahungiye mugihugu ca Kenya
kuri uno wambere igenekerezo rya 20/01/2020 aho yari yagiye guhimiriza impunzi
zahungiyeyo gutaha ariko akaba atashoboye kubibumvisha.  Mugihe impunzi z’abarundi bahungiye muri kenya zari zasidukanye n’iyonka mu kuja kwakira «abashitsi bavuye mu Burundi », mukibanza kiri i Kakuma 4, ntibashoboye kugira amahigwe ko kubibonera kuko umushikiranganji Pascal Barandagiye yararongoye abo bashitsi nabo akaba ari abatumwe na reta y’i Gitega yaciye basabako hotorwa abaserukira abandi 15 boheza bagashikiriza ubutumwa yarabazaniye gurtyo ngo umutekano wiwe ntuhave uhungabana.  Pascal Barandagiye akaba yatanguye agasuzugura ibihugu
bifasha impunzi ngo : « Amerika, Canada, Australiya n’ahandi
muhurumbira ngo bazobafasha banabajaneyo nahone barapfa kuko ni kw’isi.» avugako
boshaka bosubira mu Burundi kubera hari amahoro, ko abazokwemera gutahuka
bazoronswa amazu, amatongo, amafaranga azobatunga amezi atatu barya ataco
bakora. Inyuma yo kwumviriza abashika batandatu murabo 15, Pascal
Barandagiye akaba yahatswe kuva hasi ngo ahagarike uwo mubonano kubera ngo atanumwe
yumvise ashigikira ubwo butumwa yatumwe na reta yaserukiye. « Mwacaguye abari
mu ruhande rumwe ! » akaba arivyo yabwiye abaserukira HRC na reta ya
Kenya, aho bamusiguriye ko abo 15 batowe n’impunzi ubwazo kandi haje iz’avuye
mumakambi ata ndukanye atakuntu bari kumenya umwe wese ivyo yiyumvira. Yahavuye
aremera kwumviriza abandi babiri gusa aca arashavura yumviseko bahurijeko
badashigikiye gutahuka mugihe mu Burundi hakirangwa ukutubahiriza amategeko :
« Tuzokwemera kwicwa n’inzara n’izuba hako twicwa n’inkota. ».  « Nimwashika mur’iyo Amerika yanyu naho
muzoshikayo muri bake murazokwibuke mufashe uburundi kuko muraziko bukenye »
Pascal Barandagiye asozera uwo mubonano. Inyuma yo gushikiriza ivyo bavanye mumubonano wa Pascal
Barandagiye, abafasha impunzi bakaba baciye babwira impunzi bati : « Abazoba
bashaka gutahuka guhera ejo tuzobafasha batangure gutaha, indege zikwiye zihari
kandi ntamezi atatu azohera  mwese
tutabatahukanye. Ariko abazoba bipfuza gufashwa, guhera ejo bazoca dutangura
kubafasha ».  Impunzi zikaba zasigaye zirahungura ugutwi nk’uko amakuru
dukura ngaho muru Kenya abivuga, bakaba batatahuye ukuntu bokwemererwa
kugaburirwa amezi atatu ataco bakora, bakemererwa amatongo yabo nk’uko womengo
reta yaramaze gushira muminwe amatongo yabo yose hanyuma umushikiranganji Pascal
Barandagiye akavaho abasavye imfashanyo yo gufasha uburundi bugeze ahatemba.

Burundi : Baridoga ko bafatwa n’abapolisi kandi batari mubunyero.
Abanyagihugu bo muri zone Musaga, komine Muha iri mu gisagara ca Bujumbura baridogako bafatwa n’abapolisi iyo babasanze mw’ibarabara canke kuma butike inyuma ya satatu z’ijoro.  Mugihe umukuru w’igisagara ca Bujumbura yasavye abafise ububare kwugara igihe c’isaha zitatu z’ijoro(21:00), abanyagihugu baba bavuge kubuzi, canke bari gusuma mumabutike bavugako bafatwa n’abapolisi kandi ata couvre feu yigeze ivugwa. “Haza umurongo w’abapolisi  nka cumi, basanze uwuriko adandariza inzoga kw’idirisha baca bamutegeka kubaha inzoga zibakwiye bakazinywa kandi ntibariha, hanse baca bamukibitako menote akazovayo arishe amafaranga ibihumbi mirongo ibiri(20000F) umunyagihugu wo mu Kanyosha yavuganye n’ikinyamakuru Itara Burundi.  Abafashwe sayine zijoro bari mw’ibotike canke mw’ibarabara bakaba batangishwa amafaranga ari hagati y’ibihumbi bitanu n’ibihumbi cumi(5000-10000FBU) kugira bave muminwe n’abapolisi.   Aho ni mugihe haba mumajambo canke mu nyandiko atanahamwe bivugwako abantu bova mumabarabara amasaha kanaka kiretse abafise ububare basabwa kutarenza satatu z’ijoro n’abavyonga amakinga n’ama moto batarenza isaha cumi na zibiri z’umugoroba.
Burundi : Abanyagihugu b’i Rwamvura muri komine Kigamba bakubitirwa kurara irondo
Inyuma yaho havugiwe umugwi w’abagwanyi wakamanganiye mw’ishamba cimeza rya Ruvubu kumusi wa gatanu igenekerezo rya 27/12/2019, Rose Nahimana yaciye ategeka abanyagihugu bo kumutumba Rwamvura uhegerye kurara irondo Kuva kuruyu wimana igenekerezo rya 29/12/2019.  Mugihe kw’isoko y’inka yo mw’ishinge haheruka ipozisiyo y’abasoda muntambara yakurikiye urupfu rwa Perezida Melchior Ndadaye, be no mu Gitanga muri komine Kigamba intara ya Cankuzo haciye hashigwa vyihuta  ibirindiro vy’abasoda, inyuma yaho Imbonerakure zo mw’ishinge zari kwirondo zivugiyeko zabonye umurongo muremure w’abagwanyi bariko zirarengana. Ayo makuru akavugako abagwanyi bibonekeje bari bambaye impuzu z’igisoda n’iz’igipolisi batamenye iyo bakamanganiye . Tubamenyesheko komine Kigamba ihana urubibe n’ishamba cimeza rya Rubuvu riyigabura n’intara ya Muyinga, mu buseruko bw’igihugu.
Burundi : REGIDESO ihejeje gusohora itangazo riteye ubwoba
Kuri uno wakabiri igenekerezo rya 24/12/2019, ishirahamwe ritanga amatara n’amazi REGIDESO rihejeje kumenyeshako atama unités y’amatara n’amazi rizogurisha kumagenekerezo rya 25 kigarama 2019(Noweli) na 01 nzero 2020(Bonane) mu gihugu cose. Mw’itangazo rihejeje gushirwako umukono na Mutima Louis, umyuhobozi ajejejwe ubudandaji muri REGIDESO, abakoresha amatara n’amazi basabwa kwitegura bakagura ama unités y’amatara n’amazi barikurikije mugihe ritarashika kure ngo rikwire igihugu cose.  Aho ni mugihe akozi ba reta bari kukazi atavyo bari bazi ngo barabe ko bafise umuyagankuba ukwiye mugihe abajejwe intwaro bategetse abanyagihugu gushira amatara kumpangu zabo, amabarabara akabonesherezwa kumvo z’umutekano.  Iyo ngingo ya REGIDESO, arinaryo shirahamwe ryonyene ryiziziye igisata c’amatara n’amazi mu Burundi igashobora kugira ingaruka mbi haba mu mutekano canke mumagara y’abantu narirya atabuhinga burashikira abanyagihugu  bwo kugura ama unités kuri telefone ngo bisahirize iyo abakozi ba REGIDESO batakoze mugihe amatara n’amazi ari ibintu vya nkenerwa mubuzima bw’abantu kandi  bikoreshwa cane mumisi mikuru  nkiyo.
#Burundi: Ikambi y’imbonerakure muri komine Matana, ziryamiye amajanja.
Hoba hari ikambi y’imbonerakure z’umugambwe CNDDFDD iri muri komine Matana mu ntara ya Bururi ziryamiye amajanja muri ino misi.  Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, izo imbonerakure ziri muri komine Matana zisanzwe zikora ubuzi busanzwe ku murango ariko mw’ijoro zikaba zifise aho zihurira gukurikirana inyigisho no “gukora misiyo zitandukanye” . Izo imbonerakure ziva muntara zitandukanye kandi zikaba zifise imyambaro isanzwe iziranga atari iy’inzego z’umutekano , zonyene akaba arizo zimenyana, iyo zironse misiyo cane cane mw’ijoro bikavugwako ziheza zikaronswa imyambaro y’igisoda canke y’igipolisi.  Amakuru adushikira akavugako izo mbonerakure zitaweho nk’uko zoba ziteguriye urugamba rukomeye  kandiko zitoba ziri munsi y’amajana atatu ariko nyinshi uko zihejeje imyimenyerezo zoba zica zisubira mu ntara iwabo zigasubirirwa n’izindi.  Turacarondera abajejwe intwaro kugira twumveko ibikorwa izo imbonerakure ziririmwo babizi.
Burundi : Lt-Col Alfred Mayuyu ari mubazoja  i Kigali gutohoza ku gitero cabereye i Marura mu ntara ya Cibitoke.
Inyuma
y’itangazo ryasohowe na reta y’uburundi kw’igenekerezo rya 26 Munyonyo 2019,
ibicishije kumushikiranganji w’imigenderanire y’uburundi n’ayandi makungu ryiyamiriza
igitero cabereye mu ntara ya Cibitoke kuma genekerezo ya 16 na 17 munyonyo
2019,  kigahitana abasirikare batari bake,
aho mur’iryo tangazo yagabishije amakungu ko aramutse yirengagije ikibazo
uburundi bufitaniye n’urwanda umutekano w’akarere uzohungabana, ihuriro ry’ibihugu vy’ibiyaga binini (CIRGL) riri muyatatswe ntiryatevye
gushinga umugwi wo gukora amatohoza, aho ryashizemwo umurundi umwe ariwe Lt-Col Afred Mayuyu.  Mubantu 17, harimwo abaturuka muri republika iharanira demokrasi ya kongo 8 bahawe igikorwa na CIRGL co gutohoza ubwicanyi bwabereye i Marura muri komine Mabayi mu ntara ya Cibitoke kw’igenekerezezo rya 17 munyonyo 2019 nk’uko vyazindutse bica kumbuga za Whatsapp, Lt-Col Alfred Mayuyu agira 7 kurutonde rwahawe ico gikorwa gitegekanijwe kuva kw’igenekerezo rya 03 gushika kw’igenekezero rya 01 kigarama 2019.  Nk’uko ikinyamakuru Itara Burundi kibikura mukinyamakuru InnerCity Presse candikirwa kubiro vya ONU ico gihe  https://bit.ly/361AvEV  no mukinyamakuru Washingtonpost kubarungitswe muriyo misiyo n’amabi bagirizwa https://wapo.st/35Z7FVD, Lt Col Alfred Mayuyu yarirukanywe mu bari bagiye kugarukana amahoro mugihugu ca  africa yo hagati(Centrafrique), MINUSCA mu kwezi kw’umunani 2016. Ico
gihe hari habaye akamo katewe n’abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi bari
bashize ahabona amabi yagirizwa uwo musirikare w’uburundi nko kurasa abantu
bari bagiye gushingura ababo ku Mpanda  baguye mu ntureka zo kwiyamiriza ikiringo ca
gatatu ca Petero Nkurunziza, kuba yoba yasohoye mu bitaro  vy’abasirikare mu Kamenge Lt Hermes Nduwingoma
akaja ku muhohosha ndetse ko yoba
yarishe urwaruka rutari ruke kumatarike ya 11-12 kigarama 2015 inyuma y’ibitero
vyagizwe ku makambi ya gisirikare.  Iryo yirukanwa muri MINUSCA rya Lt-Col Alfred Mayuyu ryariyamirijwe n’ibinyamakuru vyegereye ubutegetsi bw’i Bujumbura nk’ikiriho kitarugarwa (https://bit.ly/384pi8t) hamwe n’icoba  ar’icintererahamwe Free Rwanda ( https://bit.ly/2r2CI4l ) zasize zikoze ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu gihugu kibanyi c’urwanda, icatangaje akaba aruko womengo vyanditswe n’umuntu umwe.   Mugihe
hari imigwi igwanya reta yamaze kwiyitirira ico gitero. Muvyo umushakashatsi mu
bijanye n’ihonyabwoko Thom Ndahiro wo mu Rwanda akaba yabwiye RPA mu kiganiro
Kajugujugu co ku musi wa mbere igenekerezo rya 02/12/2019 ko reta y’uburundi
imaze kugaragaza ko iriko itegura ihonyabwoko, mubimenyetso yatanze akavugako igeze
kuntambwe ya 8 yo kuritegura ndetse ikorana n’interahamwe aravye imvugo yayo isa
n’iyavugwa mu Rwanda imbere y’ihonyabwoko. Tubamenyesheko
iryo huriro ry’ibihugu vy’ibiyaga binini (CIRGL) rigizwe n’ibihugu cumi na
bibiri arivyo Angola, Burundi, République Centrafricaine, République du Congo, République
Démocratique du Congo, Kenya, Ouganda, Rwanda, Sudani ya ruguru,  Sudani yepfo,  Tanzanie na  Zambie. Tukaba tutashoboye kuronka umuvugizi w’igisirikare c’uburundi ngo tumubaze icatumye batanga Lt Col Alfred Mayuyu kandi baziko na ONU itamwemera mugihe reta y’uburundi yasavye abobafasha gutatura amatati ivugako ifitaniye n’igihugu c’urwanda, urwanda rwakiriye impunzi zahunze ubwicanyi bwakozwe n’inzego za reta harimwo n’iyo ntwazangabo ko atangorane babonamwo ariko tukaba tutamuronse.
#Burundi: Umubabaro n’agahinda mumiryango y’abasirikare baguye mugitero cabereye i Mabayi
Kuva kuwa gatanu igenekerezo rya 23 gushika kuwagatanu igenekerezo rya 30 Munyonyo 2019 mw’itongo ry’abapfuye  ryo ku Mpanda muntara ya Bubanza,  ni indwi yo gushingura abasirikare baguye mugitero cabereye i Mabayi muntara ya Cibitoke kumagenekerezo ya 16 na 17 Munyongo 2019.  Kuri uno wakabiri igenekerezo rya 26/11/2019 hashinguwe abasirikare batandatu:  1)Major Ngomirakiza Réverien (Bubanza) 2)Cpl Niyongabo Juvenal(Kayanza) 3)CC Niyonkuru Protais(Bubanza) 4)CC Ndayiragije Nepomsen(Ruyigi-Rusengo) 5)Cpl Ndayiragije J.Claude(Rusengo-Ruyigi) 6)A.C Mpfayokurera Libere(Ruyigi-Sanzu) Mugihe kuwagatanu hafubwe 10, kuw’Imana 6, ejo kuwambere 8 uno munsi 6 bivugwako gushika kuwagatanu aruko bizobandanya. Amakuru akavugako atawemerewe gufata amashusho canke gushinga amahema yo kugandarira abo basirikare kandiko intumwa yo mubushikiranganji bwo kwivuna abansi ivugako abo bapfuye bazize isanganya.
Burundi : “Umugambwe CNDDFDD uriko urategura ihonyabwoko ry’abatutsi hamwe n’abahutu batavugarumwe”
Mu rwandiko rw’impapuro zibiri, rwakwiragijwe ku mbuga ngurukana bumenyi kuruyu wa 26 /11/2019 n’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka, rumenyeshako hari amanama yo gutegura kwica abatutsi hamwe n’abahutu batavuga rumwe na CNDDFDD imbere yuko amatora ya 2020 aba «ibipinga na mujeri » https://bit.ly/2QO5a4l Ligue Iteka  rivugako munama z’urutavanako zibera muntara ya Karusi, uwitwa Nestor batazira Benurire, umukuru w’imbonerakure mu ntara ya Karusi Nestor Bashingwanubusa alias Irambire, umukuru w’imbonerakure muri komine Buhiga, Phocas Sindaruhuka, umukuru wa zone Buhiga akaba n’umukuru w’umugambwe mur’iyo komine n’abandi benshi nka Remejiyo umutegetsi mukarere k’ubuvuzi ngaho i Buhiga hamwe n’iperereza aribo baba barongoye izo nama.  Inyuma yo gukarira imbonerakure munama yanyuma iryo shirahamwe rivuga ko yabaye kw’igenekerezo rya 22 munyonyo 2019, imbonerakure zayitavye ngo zahawe ingingo zine zikomakomeye :  Ligue Iteka ibandanya ivugako imbonerakure z’i Makamba zizoduganwa i Karusi mw’ijoro izo mukarusi nazo zijanwe i Makamba gurtyo bikazokworoha kwica « mujeri n’ibipinga » kuko hazogenda harasigara bakeya berekana ingo z’abicwa. Rikavugako mwen’ayo manama akoreshwa kuyagatanu mw’ijoro buca  ari kuwa gatandatu aho imbonerakure zica zikora ibikorwa rusangi.  Tubibutseko twigeze kwandika
inkuru yerekeye ubwoba abatutsi bari mu makambi y’abateshejwe izabo bafise (https://bit.ly/35zpH0A) n’ivyerekeye kunyaga
abarundi bahunze (https://bit.ly/35Gw2rf) mwumvirije
ikiganiro Murisanga (https://bit.ly/35DUSbg) c’iradiyo ijwi rya
Amerika co kw’igenekerezo ya 18/08/2016  ryagize hamwe na Anicet Niyonkuru arongoye
umugambwe CDP, na Jaques Bigirimana arongoye FNL navyo bikaba vyarerekanako
ubwo bwicanyi bushobora gukorwa. Amajambo ahakana ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu gihugu kibanyi c’urwanda(https://bit.ly/35wjFh2)yashikirijwe na Pascal Nyabenda mw’itangazo ry’umugambwe CNDDFDD ryo kw’igenekerezo rya 16/8/2016 akiwutwara imbere yuko aba umukuru w’inama nshingamateka hamwe n’amajambo abiba urwanko yama avugwa n’abategetsi batandukanye rimwe na rimwe mumvugo ihinyitse aho abatutsi babita Mujeri, abahutu nabo batavuga rumwe bakabita Ibipinga, abahinga baravugako ari ibimenyetso vyo gutegura ihonyabwoko(Genocide).
Burundi : Igipolisi c’igihugu(PNB) n’amashiramahwe yigenga yo gucungera umutekano boba basigaye bahiganirwa amasoko kumwe?
Mugihe abatozwakori batanga amakori n’amatagisi kugira reta ibakorere ivyo bipfuza harimwo no kubacungerera umutekano, abarongoye igipolisi c’uburundi bamwe bamwe mu gisagara ca Bujumbura mur’ino myaka bagize urudandazwa rwo mw’ibanga bakoresheje abapolisi batobato. Abo bapolisi bacungera abantu n’ibintu ku mafaranga kurya kw’abakozi bo mumashirahamwe yigenga(société de gardiennage: City Security company, VB, TORES, PSG, NISTEC, KKSecurity, Rukangantare, Safe Guard,…).  Muti bimeze gute ?  Hari abapolisi bacungera ama banki, ama mikrofinanse, ama sitasiyo y’igitoro,  amamangazini manini manini,… ndetse n’abantu kugiti cabo bakeneye abapolisi babacungerera umutekano barabaronswa ariko bikavugwako hari amafaranga baheza bagatanga mumbavu yo guhemba abo bapilisi arenga ku mushahara(Primes). Bivugwako uwo bita decorps akebukana n’akeneye abapolisi hanyuma comeri ajejwe igipolisi muri marie ya Bujumbura nawe bakavuga ukwiwe, ico bavugana baco bikavugwako ari amafaranga, bamwe bakanibazako ari igiturire.  Abo bapolisi hari abahabwa uburusho koko  nk’abarya baherekeza amafaranga y’amabanki abandi nabo bakabikora bahembwa umushahara wa reta gusa nk’uko bisanzwe.   Bivugwako intandaro yo gutegeka abafise ububare mu gisagara ca Bujumbura ngo bakoresha abakozi  n’ibiburiburi babiri kukabere bo mumashirahamwe yigenga yo gucungera umutekano, coba ari igihano bahawe inyuma yo kwanka gutanga amafaranga yo guhemba abapolisi babiri babiri ku kabare ngo bacungere umutekano.  Abo badandaza bakaba boba batumva ukuntu borinda guhemba abapilisi ku ruhande kandi basanzwe batanga amakori n’amatagisi asabwa na reta ari nayo yovamwo imishahara y’abapolisi. Twagerageje kurondera umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano
ngo aduhe umuco kur’iyo myidogo y’abanyagihugu  ariko ntitwashoboye kumuronka.
Burundi: Hari isano hagati yo kudahembwa kw’abasirikare bahora muri somaliya n’ikena ry’amafaranga y’agaciro?
Gushika k’uruno wa mbere igenekerezo rya 26/8/2019, abasirikare bahora muri #Somaliya mu bikorwa vyo kugarukana amahoro ntibarahembwa imishahara yabo yo kuva mu kwezi  kw’icumi na kabiri kwumwaka uheze(décembre 2018).  Amakuru yatanguye kudushikira kundwi iheze atumenyeshako amafaranga y’agaciro agiye kubuzwa kudandazwa kw’isoko ryamagendo(marché noire) mu ntumbero yo kugabanya agashavu kubasirikare babona bahembwe icakabiri c’amafaranga bakoreye ari hamwe bagereranije uko amafaranga avunjwa:  Muri banki ya républika y’uburundi idorari ry’abanyamerika rivunjwa ayarenga gato 1800 mugihe hanze ya banki rivunjwa amafaranga arenga 3000.  Abasirikare basanzwe bakorera amadorari igihumbi y’amadorari(1000USD) arenga imiriyoni zitatu(3000000FBu) ariko reta ikaba itabarenza (600USD) angana umuriyoni n’amajana umunani(1800000FBu) ku kwezi bakazosanga barenza garo umuriyoni n’ijana(1100000FBu). Amakuru dukura mugisirikare c’uburundi atumenyeshako ishavu riniga bivanye nuko bageze iyi tarike batarahambwa kandi baziga gukatwa amafaranga arenga imiriyoni zibiri z’amarundi ari hamwe babihereye muminwe ayo bakoreye yose kukwezi. Tubamenyesheko naho inama nkuru y’umutekano yategetse kugabanya akajagari kari muvyo kuvunja amahera, ukuvunja kuri marché noire bitarahinduka kandi bikavugwako bitimirije guhinduka.https://www.facebook.com/730436084002052/posts/887652641613728/
﻿Burundi : Hoba hari umugambi wo kugirira nabi imiryango y’abatutsi bakiri mumakambi y’impunzi hagati mu gihugu kuva mu ntambara za 1993.
Nk’uko
amakuru dukura mu makambi y’impunzi z’abatutsi n’abahutu bakeya batari
bashigikiye ihonyabwoko, bacitse kw’icumu mu ntambara za 1993 ziri mu ntara ya
Gitega na Ngozi, umugambi wo kubahonya woba uza watanguriye i Mutaho aho
batanguye kwicishwa inzara n’abapolisi hamwe no gupfunga bamwe muribo kuva kuruyu
wa gatandatu igenekerezo rya 24/8/2019.  Abanyonga
ama moto bo mw’ikambi y’impunzi y’i Mutaho mu ntara ya Gitega nibamwe mubumvise
uwo mugambi  hakiri kare. Ku wagatanu igenekerezo
rya 23/8/2019 mu masaha ya satanu z’igitondo uworongoye igipolisi muri komine Mutaho
yitwa sylvestre Nyabenda yafashe umugambi wo kubaka amafaranga ataco aciyeko nk’uko
babivuga,  kugira bagume bakora nabo
barayamwima niko kurungika abapolisi gufata amamoto hama haca haba imishamirano
biranka ko bayatwara. Niho
bukeye kuwagatandu igenekerezo rya 24/8/2019 ikambi y’izo mpunzi yavyuka yugarijwe
n’igipolisi hagwiriye mwo abapolisi bo muri GMIR barasaka barongowe n’icegera
ca komiseri w’igiploisi i Gitega Njiri Méthode. Basaka cane cane imihana yo muri site ifise ama moto
hamwe niyirimwo abana b’abahungu.  Imoto zirenga gato 20 zafashwe zijanwa i Gitega.
Ugwaruka rwari rwafashwe rumwe rwararekuwe abandi bashika kuri 11 bajanwa
mugasho i Gitega bikavugwa ko babiri mur’abo bajanywe gupfungwa bohohotewe
bikomeye abo nabo bakaba ari Ntigirinzigo Dieudonné na viateur bataira Buseyi.  Imiryango y’abahora batunzwe n’izo moto ikaba igiye
kwicwa n’inzara izirako ari abatutsi atakindi bazira nkuko imyidogo iva mur’iyo
miryango ivuga.  Tubamenyeshe ko aho mw’ikambi y’abateshejwe izabo y’i Mutaho
mu makambi y’abateshejwe izabo yaragicunzwe n’abasirikare ahandi bivugwako
abasirikare bakuweyo ngo bagiye gutegura defire yo guhimbaza ukwikukira kw’uburundi
yabaye kw’igenekerezo rya 1 Mukakaro 2019 ariko bakaba batagarukanywe kandi bikongereza
ubwoba buri mur’izo mpunzi narirya bivugwako hari urwaruka rukironderwa n’igipolisi.
Burundi: Intwaro ya Petero Nkurunziza yanyomoje mu gukora ibibi
Muri raporo yasohowe kw’igenekerezo rya 17/8/2019 n’ishirahamwe FORSC y’ukwezi kw’indwi 2019, Ernest Nkurunziza, umunyamabanga nshingwabikorwa waryo yaradushikirije bikuru bikuru birimwo. Mur’iyo raporo havugwamwo itotezwa ry’abanywanyi b’umugambwe CNL urongowe n’umushingamateka Rwasa Agatho, ivy’ukwigiha imbonerakure ubugizi bwa nabi, ikena ry’igitoro, umugambi w’imbonerakure wo gutera inda abigeme b’abatavuga rumwe na CNDDFDD ngo bavyare imbonerakure, ubumenyi mumashire buriko busubizwa inyuma, ukuntu ibiza vya korera na marariya bibandanya bisasika inganda, inyuruzwa ry’imfashanyo yo gukinga ikiza ca Ebola hamwe no gufata nabi abari bajejwe kuyikinga, igurishwa ry’imfashanyo y’umuceri yavuye mugihugu c’ubuyapani bikavugwako igiye gufasha kwubaka urugomero rw’umuyagankuba rwo mu kajeke kandi bizwiko amafaranga yari abigenewe yari yarabonetse.  FORSC imenyeshako uwanyuruje uwarajejwe ibikorwa SRDI yahawe amabanga yo gutwara intwara ya Bubanza n’umukuru w’igihugu bikumvikanako yarazi iyo ayo mafaranga yaroye kuko yamushimiye.  Iyo raporo ivuga ukuntu abamenyeshamakuru, amashengero, amabohero na  Interbank vyugarijwe n’intwaro mbi hamwe n’igihano co kwihora abaharanira agateka ka zina muntu cafatiwe  Germain Rukuki atakindi azira atari guharanira agateka ka zina muntu. Mukurangiza iyo Raporo, FORSC isaba imbonerakure kwanka gukoreshwa amabi atandukanye kunyungu z’umumuntu umwe n’ibindi. Kurikira site ya FORSC mwisomere iyo raporo.

Burundi : Abajejwe intwaro muri Komine Ruhororo bariko baburabuza umuryango w’abantu batandatu uheruka guhunguka.﻿
Umuryango w’uwitwa Melchiade wari wahunze uva mw’ikambi y’abateshejwe
izabo mu Ruhororo mu ntara ya Ngozi warahungutse kundwi iheze ariko abajejwe
intwaro barawimye uburenganzira bwo  gushikira aho mw’ikambi y’abateshejwe izabo bawutegeka
gusubira ku mutumba wari wahunze uvako mu mwaka wa 1993.  Uwo muryango wa Melchiade wari wahunze kubera
ingorane za politike zatanguye mumwaka wa 2015, Petero Nkurunziza afashe
ingingo yo kwitoza ikiringo kigira gatatu, abadaharanira ivyicaro vya politike
n’abari mumigambwe itavuga rumwe na reta bakavyiyamiriza. Melchiade niko guhungira
muri Kenya mw’ikambi y’impunzi y’ahitwa Kakuma, umugore n’abana bahungira mw’ikambi
y’impunzi i Mahama mu gihugu c’urwanda ariko mundwi iheze uwo muryango uhungutse,
Birukundi Mamerthe arongoye komine ya Ruhororo yaciye akoresha inama abahanuzi
biwe ; uwujejwe iterambere n’uwimibano, iyo nama yitabwa kandi na Paul
Manirakiza, umunyamabanga w’umugambwe CNDDFDD muri komine Ruhororo.  Muriyo nama basanze arihamwe uwo muryango
wosubira mwikambi y’abateshejwe izabo yo mu Ruhororo vyoba ari uguteza urubwa
reta y’uburundi idasiba kuvuga ko amahoro n’umutekano ari vyose kuko
bitokumvikana igituma umuntu ahunguka avuye mw’ikambi y’impunzi agashikira mu
buhungiro mw’ikambi y’a bateshejwe izabo. Tubamenyesheko reta y’uburundi yama itumako
impunzi ngo zitahuke mu gihe amakuru adushikira igitigiri c’abariko barahunga mur’iyi
misi kibandanya ciyongera naho hari bamwe bariko baratahuka kandi ko uwo
muryango wa Melchiade ugizwe n’abantu batandatu waciye usubizwa ku mutumba wari
wahunze mumwaka wa  1993 naho ataburaro ukihafise,
ukaba ubayeho mukuraraguza no mu bwoba nk’uko makuru adushikira abivuga.
Burundi : Imbonerakure, urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi CNDDFDD zoba zigiye kwinjizwa mugisirikare ca reta.
Kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 6/8/2019 hategekanijwe inama y’igihutihuti ku barongoye imbonerakure z’umugambwe CNDDFDD mu gisagara ca Bujumbura aho ibijanye no kuronswa akazi ku mbonerakure vyoba biri mubiri ku rutonde rw’ibivugwa mur’iyo nama.  Mugihe hari hamaze
igihe kigana n’ukwezi n’igice havuzwe ko hari ibigwanisho vyoba vyarurukirijwe
ku kibuga c’indege ca Bujumbura hanyuma bikajanwa muri reta iharanira demokrasi
ya kongo(RDC) ibindi bikajanwa ka Petero Nkurunziza , umukuru w’igihugu uno
musi  naho hariko havugwa iyinjizwa
iyinjizwa mu gisirikare ca reta ry’imbonerakure, urwaruka rw’umugambwe uri
kubutegetsi CNDDFDD.  Mu butumwa bwaciye
muma groupes whatsapp y’imbonerakure zo mu gisagara ca Bujumbura kw’igenekerezo
rya 5/8/2019, hari ubutumwa bwatumira abarongoye umuhari w’imbonerakure mu nama
quaritiye yose yo mu gisagara ca Bujumbura itegekanijwe samunani z’umurango w’uyu
wa 6/8/2019 ikabera ahahoze ari Athennée Primaire. Nk’uko isoko ry’amakuru muri
uwo mugambwe ryabidushikirije.  Mugusozera ubwo
butumwa, uwatanze itangazo yasaba imbonerakure zose zitatoye ikibazo ca reta gisozera
amashure yisumbuye ko izitariyandikisha zokwiyandikisha zikinjizwa mu
gisirikare ca reta mu rwego rw’ibisongerezi (Sous officiers). Tubamenyesheko hari
haheze imisi bivugwa ko hari imyimeyerezo ya gisirikare isigaye ikoresha ku
mugaragaro ibice bitari bike vy’igihugu. Akarorero ka hafi twamenye akaba ari
imyimenyerezo ya gisirikare yagizwe ku mus iwa kane igenekerezo rya 25/7/2019 i
Muyinga.
Burundi : Abasirikare bakaswe imishahara.
Nk’uko amakuru ava mu gisirikare c’uburundi FDNB abitumenyesha, abasirikare batari bake basanze imishahara yabo yo  guhera muri uku kwezi kw’indwi 2019 yakaswe na reta bimwe biteye ubwoba.  Nk’abasirikare bari
basanzwe bari mu madeni bobo baka vugako bagiye kuba nkaba mayibobo mu gihe
basanze badashobora kuronka amafaranga yo kwikenura, gukora no guterera ama
manza akorwa cane cane muci.  Abatari bake mu basanze
imishahara yakorotse ni mu bize imyuga itandukanye bahora baronka uturusho bita
bonification ku myimenyerezo bahora bagira. Abo nabo bakaba bakora ubuzi budasanzwe
mu gisirikare c’uburundi.  Kubona reta yakuyeho
ubwo bu rusho, bigatuma imishahara ikoroka mugihe bakora utwigoro twinshi babona
ko ari ukubafata nabi narirya atategeko ribaka ryanditse vyanasohotse ngo
banamenye impamvu canke ngo bagishwe inama nkuko ayo makuru dukura mu
gisirikare abivuga.

Burundi : « Nti turi impunzi, turi amanyagihugu bo kw’isi yose, …..ntitwahunze twaje kurahura ubwenge .»  Maragarita Barankitse.
Mu kiganiro, umupfasoni Maragarita Barankitse yashinze Maison Shalom yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 12 mukakaro 2019 mu nyubakwa za Maison Shalom iri mu gihugu c’urwanda  yamenyeshejeko iryo shirahamwe mu kwezi kw’icenda 2019 rizohimbaza imyaka 25 rimaze rikora; avuga ivyo ryaranguye n’ivyo rigiye kurangura. Uyo mupfasoni yamenyeshejeko kuva igenekerezo rya 5 gushika igenekerezo rya 7/9/2019 azohimbaza yubire y’imyaka 25 iheze ico kigo maison chalom gitanguye gukora.  Mugihe hari abonkwibaza igituma  Maison Shalom yahisemwo kugira ibirori kandi bari mu buhungiro, yavuze ati : « Ntituri impunzi ahubwo turi abanyagihugu bo kw’isi yose » yongerako ati: ” ntitwahunze ahubwo twaje gukarisha ubwenge”. Mubibazo yabajijwe n’abamenyeshamakuru kuvyerekeye urutonde gwakozwe na leta y’Uburundi  gwo gufata ubutunzi bwa Maragarita , yavuzeko reta y’uburundi naho yamushize kurutonde rw’abanyagwa utwabo wewe atariko abibona kuko ubutunzi Maison Shalom yarifise bwari ubw’abanyagihugu. Abajijwe kukibazo c’ubwo ubutunzi bwa Maison Shalom uko bwangana, atanga akarorero k’ibitaro vyari mu Ruyigi vyari vyubatswe kumiriyaridi 3 z’amafaranga y’amarundi (3 000 000 000FBu)  bikaba vyarimwo ibikoresho vyo kubaga biciye amadorari y’abanyamerika angana umuriyoni(1 000 000 USD). Aho ngo ntiyashizemwo isandugu ryo kuziganya, amashure , n’ibindi yakorera abanyagihugu…. Akavugako abanyagihugu aribo bari bakwiye guhaguruka bakitwara kuko abonako aribo banyanzwe.  Umupfasoni Maragarita Barankitse yavuzeko Maison Shalom atari ONG mpuzamakungu nk’uko abantu benshi bavyibaza, yamenyeshejeko ari ubutumwa, ubutumwa bw’amahoro kandi amahoro yama atsinda imisi yose. Murico kiganiro hashikirijwe ivyo Maison Shalom imaze gufasha abarundi n’abanyarwanda aho mbere hari n’umugambi w’ivuriro vyofasha impunzi kwivuza utarashoboka kubera usaba amafaranga menshi hamwe n’ibindi vyishi mushobora kwisomera .
#Burundi: Inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu #ONUitegekanya kwiga ikibazo c’uburundi kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 14 ruheshi 2019.
Mugihe uburundi bwari kurutonde rw’iyo nama nkuru kw’igenekerezo rya 28 rusama 2019 ariko bugakurwa ku rutonde, uno munsi niho ikibazo c’uburundi kija kwigwa. Umunyabanga ajejwe igisata co kubungabunga amahoro mubiro vy’umunyamabanga mukuru wa ONU Oscar Fernandez-Taranco aza kuvuga mur’iyo nama uko mu burundi vyifashe. Umukomiseri ajejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika Smaїl Chergui hamwe na Ambassaderi Jürg Lauber (umuswisi), uwuhagarariye inama yo kugarukana amahoro mu burundi baraza gufata ijambo gurtyo haze gufatwa ingingo. Mubiza kwigwa harimwo resolution ya 2303 yasinywe kw’igenekerezo rya 29/7/2016, yasaba umunyamabanga mukuru wa #ONU kwama atanga rapport yerekeye uburundi uko amezi atatu aheze. Hagati aho intumwa idasanzwe ya ONU, Miche Kafando yari ategekanijwe mubavuga mu nama yasivye mukwezi guheze, uno munsi ntaza kwitaba iyo nama. Iyo nama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu #ONU ivugako ibintu vyatanguye kuba nabi mu Burundi kuva mukwa Kane 2015, aho Petero Nkurunziza amenyesherejeko azokwitoza ubugira gatatu, gushika ubu amabi abandanya akorwa n’imbonerakure zo mumugambwe wiwe;abantu baricirwa ubusa, abandi bazimira bakaburwa irengero, abandi baraborezwa igufa ndetse abandi bagapfungirwa ubusa nkuko babandanya babishikiriza aho bavugako vyarenze ihaniro. Inama nkuru y’umutekano ya ONU ibandanya ivugako ivyo vyose biriko biba mugihe atabwigenge bwo kugushikiriza ivyiyumviro buhari, haba ubwo kugira amashirahamwe nubwo kugira amanama vyose biburagizwa mugihe uburundi buriko bwitegurira amatora ya 2020. Kw’igenekerezo rya 5/3/2019, Umukomiseri mukuru w’umugwi ujejwe agateka kazina muntu muri ONU,Michelle Bachelet yari yashikirijeko ababajwe no kubona reta y’uburundi yarugaye ibiro vy’uyo mugwi arongoye vyari i Bujumbura kw’igenekerezo rya 28/2/2019 vyari bimaze imyaka 23 bikorera mugihugu. Mugihe hari bamwe mugize inama nkuru y’umutekano ya ONU bagumye nasabako uburundi bwovanwa kukiranga minsi rw’ivyirwa muriyo nama, aho bwavuga ko ingorane z’uburundi ariz’abarundi ubwabo ataco zononera amakungu, reta yuburundi nayo ikaba imaze imyaka ine idashakako amakungu agira ico atarereye, iyo nama nkuru y’umutekano ivugako hakwiye kuvyurwa ibiganiro b’ihagarikiwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa afrika hamw niry’ibihugu vya afrika y’ubuseruko kuko arivyo bihagarariye amasezerano yo kugarukana amahoro no gusubizahamwe yabereye i Arusha muri Tanzaniya mumwaka wa 2000. Lauber akaba aza kuvuga ivyerekeye urugendo yagize mu Burundi kuva igenekerezo rya 5 gushika kurya 10/5/2019 aho yabonanye n’abategetsi b’uburundi harimwo umushikiranganji w’imigenderanire hagati y’uburundi n’amakungu Ezéchiel Nibigira,abashingamateka,abatavuga rumwe na reta, abaserukira amashirahamwe yabikorera ivyabo, abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike , abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi hamwe n’abakorera amashirahamwe yegukira ONU mu Burundi.Akaza gushikiriza ivyerekeye amatora ariko arategurwa muri 2020 ndetse n’uko abatavuga rumwe na reta boyitaba bose mumahoro n’umutekano.#UNSC #CSNU
﻿Burundi : Umukuru w’igipolisi mu ntara ya Muyinga avugako azokwica abanyagihugu bagarariza umukuru w’igihugu.
Muri Komine n’intara ya Muyinga ku mutumba Cibari, zone Munagano, uwurungoye igipolisi mu ntara ya Muyinga, Komiseri Jérôme Ntibibogora yamenyesheje abanyagihugu ko be n’abapilisi arongoye bazokwica abanyagihugu badakurikiza amategeko. Mu nama yariko igirishwa
abanyagihugu kuri uwo mu tumba kw’igenekerezo rya 16 ndamukiza 2019, mw’iterabwoba
n’imvugo yo kwishigikira, komiseri Jérôme Ntibibogora yavuze atarya umunwa aya
majambo akurikira : “Birazwi neza yuko
ugiye ukiherera satanu y’ijoro ukaja mu nzu yawe, ukagirishayo inama, birazwi!
jewe komiseri provinciale sinkigomba kuruha gose. Ugomba guhungabanya umutekano,
ndafise ibintu ngendana harya; ngenda nkakubitayo bibiri, nkaca nigira. Biribiri
gusa! Ahubwo, bibiri woba ugize vyinshi. Ntiwiyumvireko komiseri provincial
azobwira umupolisi ngo genda uriko ugira inama munzu ngo ngende kukurarira ngo
ngiye kugufata! Ivyo vyari ivyakera. Ugomba guhungabanya umutekano duhereza aho
nyene. Urikumwe n’abana, n’umugore
mugira rimwe! kuko kirazira
kugwanira mumagi.” Kuvyerekeye abimba ubutare,
yashikirije ko ari kurasa abanyagihugu bazoba barenze kuvyo umukuru w’igihugu
yavuze bakaja mu birombwe. Ko  bazokwama bararirimba
indirimbo yo kumaziko bahamba abo azoba yarashe.  Tubamenyesheko iyo nama yarimwo
inzego zitandukanye: uwujejwe ubutungane mu ntara ya Muyinga, Buramatari
asanzwe ari ijisho ry’umukuru w’igihugu, abarongoye abandi ku mitumba ndetse n’abanyagihugu
batari bake.  Tubibutse ko mur’iyo ntara ya
Muyinga, mu mwaka wa 2007 abayoboke ba Rwasa Agathon batawe muruzi Ruvubu aho Col
Vital Bangirinama yararongoye akarere ka kane ka gisirikare yavuze ko “ikiziga gisa n’ikindi” kandi ko no
mur’iyi misi uruhigi rw’abanywanyi b’umugambwe wa Rwasa Agathon nyene CNL rwafashe umuvuduko udasanzwe igihugu
cose.
Burundi : Umugambi « Ewe Burundi urambaye » wo guteza ibiti woba ariwo watanguje isekeza ryo kurandura ibiti vy’imikaratusi mu Cankuzo ?
Inyuma y’inama n’amatangazo bitari bike aho abarimyi
n’aborozi basiguriwe ububi bw’ibiti vy’imikaratusi iterwa ku nkengera z’imyonga
munsi y’imetero cumi na zitanu, bagasabwa kuyirandura bakayihonya, abajejwe
intwaro n’ibidukikije muntara ya Cankuzo baratanguje isekeza ryo kurandura iyo
mikaratusi muri komine n’intara ya Cankuzo ku mutumba Gitumburwe n’aho bitabonwa
kumwe na bose :   Ico abajejwe
intwaro n’ibidukikije babivugako. N’aho buramatari w’intara ya Cankuzo, Désiré Njiji
atashimye kugira akajambo atwishuye tumurondeye ngo tumubazeko iryo sekeza
ryoba riri mu mugambi , amakuru twaronse n’uko muvyo abanyagihigu basiguriwe
mur’iyi misi ar’uko ibiti vy’imikaratusi bifise imizi miremire bigaheza
bigakwega amazi meshi arinayo mpamvu amazi yama yakamye mu myonga bigatuma
abarimyi batimbura bikwiye. Abajejwe intwaro n’ibidukikije basavye abazi bose
ko bafise ibiti vyegereye imyonga kuvyirandurira kugera ku metero 15 z’aho
imyonga igera nayo abatarabitera bakabitera ku mitumba gusa.  Ico abahinga
mu vy’uburimyi n’ubworozi babovugako .  Abahinga twaganiriye batashimye kwivuga amazina bamenyeshako
ari hamwe imikaratusi ihonejwe hoba  ingarukambi narirya umukaratusi war’ufitiye
akamaro  kanini abanyagihugu: Kwubaka, gucana mu gihe abarundi bakoresha inkwi kandi
nyinshi ziva mu biti vy’imikaratusi, intebe zose zo mu mashure ziva mu biti
vy’imukaratusi, kurembera ibiharage, ibitoke, n’bindi.  Bakaba batokwumva ukuntu reta yogira umugambi
n’ibihushane vyawo aho iheruka gugwiza no gukwiragiza imivyaro y’ibiti mu mpera
z’umwaka wa 2018 mu mugambi w’imyaka indwi wiswe « Ewe Burundi urambaye » ari naco gituma bibazako itoba ishaka
guhonya ibiti vy’imikaratisi ahubwo ari kubikura ku nkengera z’imyonga gusa.  Mugihe umwe yatubwiyeko har’ivyo badahuzizako hageze
kukintu co kurandura ubunyene iyo mikaratusi uwundi wewe yabandanije atubwira
ati : « Nivyo imikaratusi irafise ububi bwayo mubijanye no kunywa
amazi menshi na cane cane mugihe iriko irakura, ariko n’ibindi biterwa canke ibiti
mugukura kwavyo bikoresha amazi menshi » Abandanya atubwirako hari
ububi imikaratusi yisangije nko kuba ifise ubumara bunuka bwica ibindi biterwa
aho usanga iruhande yayo haba hameze nko mu bugararwa.  Asozera ikiganiro yaduhaye agira ati : « Ibiti
ni ngirakakamaro kubijanye n’ikirere: bituma imvura igwa, biragabanya
ubutosekare bw’igisenge gikinga imishwarara yizuba, n’ibindi n’ibindi iruhande
y’ivyo abantu babikoresha. Nivyiza y’uko abantu bogwiza gutera ibiti kama (arbres
primaires) gusumba ibiti biba bivuye hanze. hanyuma abantu bagatera ibiti aho
bitegerezwa guterwa » Ico abarimyi
borozi babivugako Abarimyi bobo bavugako baguye mugihombo na rirya guca
igiti cari gisigaye ari ingorane zidasanzwe ariko reta yo ivyiyumviriye
ikavyuka ibica batavuganye n’uko borondera isoko y’ibiba bimaze gukura ngo
bisubize na makeya muyo baba barakoresheje mukubitera.  Bamwe mubanyagihugu bavugako hako barandura ibiti bateye
bobura bumva imborerakure arizo zije ku birandura. Abo banyagihu ishavu rikaba ari ryose batumva ukuntu
buramatari ashobora guhagarikira umugambi wo kubarandurira ibitara
vy’imikaratusi bari bazigamwo uburamuko mugihe uwo musaba yerekane ivyiwe
yaranduye atovyerekana.   Twobamenyeshako hari umwe twavuganye akatubwirako ivyo
kurandura imbuto vyaheruka kuntwaro ya Jean Baptiste Bagaza aho yaranduza
ibitoke ngo vyegereye ibitara vy’ikawa, abanyagihugu bakanka akaruhira
kurungikamwo aba JRR (Urwaruka rw’umugambze UPRONA wari ku butegetsi ico gihe) akaba
aribo babirandura.

#Burundi: Abasuma baratoye ubwenge bwo kwiba amaterefone muma biro
Mugihe hari amatarike abantu benshi baba bijukiye kuja kuriha amakori, ugasanga barundanye mu ma biro, abasuma nabo baca bikika mu kiza bakiba amaterefone ku bwinshi.  Kuri uno wa kane igenekerezo rya 03
nzero 2019, aho batangira amakori y’amatongo(impôt fonciers) muri mairie ya
Bujumbura hafatiwe umugabo yiketswe ko yaraje kwiba yitwaje serrure n’ibitashe hamwe
impapuro nk’uko yoba aje gufasha abatangakori abo bita aba déclarants. Akaba
ari mu minwe y’igipolisi kumvo z’amatohoza. Abantu bitura ama biro ahurirwamwo n’abantu
benshi basabwa kwama biyubara uko  babika
amaterefone ndetse n’abafise ama biro yakira abantu benshi bakiyubara kugumiza
impfunguruzo mu miryango bakanashira abantu ahantu bashobora kugenzura uruja n’uruza
nkuko ababibonye bahanura.  Amakuru twakuye aho nyene muri mairie
ya Bujumbura akamensheshako hamaze kwibirwa amaterefone atazwi igitigiri aho n’umukozi
aheruka ariko aharurira abaje kuriha amakori agasanga terefone bayimutwaye.
#Burundi : Réverand Pasteur Dénise Bucumi Nkurunziza, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yeretswe amazina y’abicanyi yongera arayandika kenshi.
Amasengesho ya Denise Bucumu Nkurunziza :  « Uyu musi mwiza waduteguriye wo  kugirango imigisha yari yarazibiwe ku gihugu c’uburundi yuguruke. Uhoraho aharira ivyaha uhaba, ahari ivyaha uhatera ibitugu, natwe twaragucumuyeko mu gihugu c’uburundi, turakora ivyaha bitandukanye, kandi twa twarahanuwe na kenshi, turabwirwa na kenshi, kenshi tukanabirengako, kenshi twica amatwi ; Ariko uyu munsi mwiza, Uhorako waduteguriye udasanzwe kugira udukize utubohore, kugira twinjire mu mwaka mushasha twakize twabohotse. Mana yacu nziza turagupfukamiye abahambaye n’aboroshe duciye bugufi Mwami ivyaha twakoze vyose turavyatuye. N’ukuri mu gihugu c’uburundi abapfa barapfuye, bishwe na bagenzi babo. Kubw’ishari, kubw’inzigo, kubw’urwanko ; Mana yo mw’ijuru, kubw’ama reglements de compte(kwihorahorana) atandukanye, amaraso yarasetse. Iki gitondo niho nasomye, amajambo avuga ngo amaraso azohorwa ayandi, ngo uwusheshe amaraso nawe ayiwe azoseswa, numva ngize ubwoba ntangazwa n’ukuntu iryo jambo urimpaye, urarisubiramwo ubugira kabiri ngo amaraso ahorwa ayandi. Ngo uwusheshe amaraso ngo nayiwe azoseswa. Unzanira amazina y’abantu imbere yanje , numva ndatangaye (kabiri) nsanga ayo ayo mazina ndiko ndayandika, nsubiramwo amazina nongera nsuburamwo amazina, Uhoraho Mana, hari benshi basheshe amaraso . Mwizina rya Yesu. Turaciye bugufi dusaba imbabazi abibab barivye, n’uno musi abarunda rundanya bariko bararundarundanya, Mw’izina rya Yesu, abatwaza igitugu, bariho, abarenganya abantu, bariho, abasambanyi baruzuye, Mw’izina rya Yesu, abakorana inzigo, ishari, urwanko, abagenda bihora baruzuye, turaciye bugufi, ubwibone bwo mu mitima buruzuye. Mana yo mw’ijuru, aho twaragiriwe Ubuntu, dushirwa mu bibanza kanaka, umuntu yashikayo, akagara ukamengo niwe yahishize, n’uwamu nuwamry, n’uw’Imana yacishijemwo agasigara amusuzugura, umengo ntaco amaze. Ivyo vyose uyu musi uriko urabiraba. Uhoraho; Mw’izina rya Yesu bikakubabaza, kw’abantu bigize abakomeye, abahambaye, abiyimitse, abihaye ivyo bafise, Mana yo mw’ijuru, uyu musi abafise babandanya kurundarundanya mbere bakarondera n’ivy’abanyantegenke, abato, bakavyikwegerako, bakanyaga n’abato, bakanyaga n’abari bafise bike, Mana yo mwijuru, twaragucumuyeko, turaciye bugufi, aya mavi dupfukamitse k’uruyu musi, abahambaye n’aboroshe dukubise ibipfukamiro dusaba imbabazi, abakozi b’Imana turapfukamye dusab’imbabazi n aho twanjanjwe, aho tutahagaze mumyanya yacu. Aho tutakoze ivyo twategerezwa gukora, aho twavugishijwe ibinyoma, mw’izina rya Yesu, aho twisutse mubitaturaba, mw’izina rya Yesu turaciye bugufi, turasavye ikigongwe. Aha twaje ngaha, turi mu gishingo c’abandi barundi batari ngaha. Mwami w’abami, turagupfukamiye, erega Mwami ngo hamwe no guca bugufi, ngo nitwaca bugufi tukihana ivyaha vyacu, ngo uzoduharira, uharire n’igihugu cacu; Kandi ngo naho imvura izoba yataze, izogwa. Uhoraho twihanye ivyaha, ntakabuza imvyura y’umugisha izogwa mu gihugu cacu c’uburundi; Mw’izina rya Yesu Christo. Bwabutare, bwabutunzi waduhaye, kandi n’ivy’ukuri. Harageze yahoo buja ahabona, bugateza imbere umurundi wese, Atari bamwe gusa(2), Atari imigwi umwe gusa, hamwe umurundi wese ashikirwa, waradutungishije muri sous-sol (musi y’ubutaka) yacu, haragezeko bija ku mugaragaro, harageze aho bidutungisha. Harageze(3) kumbure vyagumye binyegejwe kubw’intege nke zacu, kubw’ivyaha vyacu, utubabarire(2);Hanyuma mwami, ubutare bwacu buje ahabona bucukurwe mukuri, m’urutonde rwiza. Hanyuma tumererwe neza. Mw’izina rya Yesu Christo, ibi vy’ibitoro twabuze, birashoboka ko ibituro tubironka muri kino gihugu, tukamererwa neza.  Mwami wo mw’ijuru, tukamererwa neza(2) Mana yacu nziza, hamwe no kwihana ivyaha, vyose birashoboka(3), rero Amaraso ya Yesu, niyo yoza ico vy’ivyaha, kandi ngo  iyo uyatubonyeko ngo ntuducira urubanza rubi, uca utwita abagororotsi. Ndayahamahaye kubarundi bose, twebwe twebwe turi ngaha uhereye kuri twebwe tugupfukamiye, ndahamagaye amaraso ya yesu ngo atweze gose adutunganye, imbabazi zawe zitubeko; Uhoraho, imitima ikomantaye(3) imitima y’akadada, mw’izina rya Yesu Christo, birashoboka ko uyimenagura muri kano kanya, mw’izina rya Yesu, n’iyi saha nyene, hari imitima ikomantaye, hari imitima ivuga ngo vuga ugendee(3) Ariko Uhoraho, ur’Imana, ur’inyenkomezi, uri umunyabubasha(2), uri Imana ibona, ur’Imana yumva, ur’Imana yishura, ur’Imana y’igitinyiro, ur’Imana y’icubahiro, ufise ububasha bwose, niwe soko ry’Ivyiza, niwe soko ry’ivyago Ngo niwe soko y’impore, ukongera ukaba isoko y’ivyago, niwe soko y’amahoro, ukongera ukaba isoko y’ingorane, wewe uri vyose, wewe waremye vyose, niko ijambo ryawe rivuga. Mw’izina rya Yesu ufise ububasha bwose, turagukuriye ubwatsi. Ur’inyenkomezi, urahambaye, ugira neza, urashoboye, ndagushimiye ivyo ugiye gukora Mana, ndagushimiye ibihambaye ugiye gukora, ndagushimira ko ugiye gushitsa. Wewe uravuga ugashitsa, ndagushimira ko ugiye gukora; ko ugiye gukora bikagaragara. Bikamenyekanako uri Imana ivuga kandi igashitsa. Ndagushimiye Mana nzima. Wahawaha; ko atajambo  vyavuzwe, ryasohotse, rizongera kugumizwa mu rutendeko. Oya(2) igihe kirageze ngo ushitse ivyo wavuze, igihe kirageze ngo ushitse ivyo wavuze, igihe kirageze ngo ushitse(4). Uragahezagirwa; Mana nyene ububasha, nyenkozi, Mana igira neza,  icubahiro n’icawe, ukugira neza n’ukwawe, ububasha n’igitinyiro n’ivyawe. Niwewe uganje, mu Burundi ni wewe uganje(2). Ndagushimiye impinduka ugiye kuzana mu gihugu; ndagushimiye imitima ugiye gukiza, imitima ugiye kubohora, ndagushimiye(2) Mwami, kugiye kuturemamwo guca bugufi, akaba ari wewe ushirwa hejuru mu  Burundi, Ndagushimiye ko ivyishize hejuru ugiye kubimanura, ugashira hejuru ivyicishije bugufi. Kuko wewe uri Imana y’ububasha.  Uragahezagirwa icubahiro n’icawe; urakoze ku majambo twumvise. Urakoze(3) Icubahiro n’ishimwe bibe ivyawe mw’izina rya Yesu. Amen » Ayo masengesho ya Denise Bucumi Nkurunziza yiriwe araca k’urubuga rwa Whatsapp ejo kw’igenekerezo rya 30 kigarama 2018 bivugwako yayasengeye ingozi ahariko habera amasengesho y’umuryango w’umukuru w’igihugu, abantu baribajije ibibazo vyinshi : Bamwe bati ni Imana yavuze, abandi bati ni integuro y’iperereza yo kumweza ngo azobe ariwe batanga yitoze mu matora  y’umukuru w’igihugu yo muri 2020.  Ic’umvikanye muri ayo masengesho, n’uko yarafise ubwoba bwinshi nk’uko yanavyivugigiye kandi Imana yakaze cane kubona bavugishwa ibinyoma, bakica, bakanyaga, bagasambana ndetse bakishira hejuru. Tukabamenyeshako amajambo yavuze afitaniye isano n’ayavuzwe n’umunega wiwe, Petero Nkurunziza mu mpera z’umwaka wa 2017 aho yamenyeshako mub’ari imbere yiwe yabonamwo abiyorobetsi badakorera umugambwe mbere akaba yari yaremeye na laisser passer zo kubashikana mw’ijuru bagahurirayo. Ntawuramenya ukuri kw’iryo sengesho mugihe atakirahinduka mu gihugu cankeko ayo mazina y’abicanyi Imana yamweretse yoba yiteguye kuyashikiriza sentare mpuzamakungu nuko bazohava bayamwaka bakandika ayandi bashaka mukibanza cayo nk’uko bamwe bavyibajije. Kurikira amajwi na Denise Bucumi Nkurunziza:
Burundi : Urwaruka rwinshi rusigaye rumera imvi hataragera.
Mugihe mu myaka yahera umuntu yamera imvi afise imyaka irenga mirongo itanu; ashaje, mur’ibi bihe urwaruka rwinshi rumera imvi guhera mumyaka mirongo itatu. Imvi tuvuga zitandukanye n’izo bita uruvivi, uruvivi zari imvi zimera bivanye n’umuryango ufise,  imvi z’akoko. Inyuma y’aho hasubiye kwaduka intambara za politike mu Burundi muri 2015, urwaruka rutari ruke rugahunga igihugu urundi rugasigara, bose ico bahuriyeko ni ubukene, imyaka hamwe n’ivyiyumviro vya kazoza kabo.  Tumaze kubona no kwumva hirya no hino ko urwaruka rw’abarundi rusigaye rumera imvi hakiri kare, twararondeye  umwe muribo atubwirako yagiye abona imvi zisesa kumwaka uheze atazi ico bivako.  Tumubajije ico zimugize canke ko atangwara yoba afise yatubwiye ko atakagwara afise ariko akibaza ko ziva ku vyiyumviro vy’ubuzima vyamubanye vyinshi. Twashatse ku mubaza ukuntu yiyumva ari murundi rwaruka aca atubwira ati: “Mfise ubwoba bw’uko umwaka nagiye kuresha nzohava mbura uwo twubakana kubera atamukobwa azokwemera kwubakana n’umutama kandi abasore bakihari kuko zimpesha isura y’umutama kandi nkiri muto”  Twashatse kumenya imvo y’iryo hinduka ry’ibihe ku bantu maze tubaza muganga Bosco(iritirano) aca atubwirako ivyo bisigurwa n’uko urwaruka rwishi rufise ubwoba bwa kazoza, ugasanga rufashe umwanya munini wo kwiyumvira, rukabura umwanya w’umunezero gurtyo kaba hari uduce tumwe tumwe two mu bwonko duca turuha tugasaza hataragera ariho bica  biserukira muku mera imvi hataragera.  Tubamenyeshe ko urwaruka rusigaye rwarihebuye bivanye nuko ruheza amashure rukabura amaronderero y’ubuzi ku mvo z’intambara iri mu gihugu ndetse aho usanga benshi basigaye barihebuye batabona uko  bazobandanya babaho gushika aho bazoshinga ingo zabo.

#Burundi: Imbonerakure z’umugambwe uri ku butegetsi #CNDD_FDD ziriko zikorana n’interahamwe mu guhungabanya umutekano w’igihugu kibanyi c’u rwanda.
Mundwi  iheze haravuzwe umugwi  w’interahamwe wahora ucumbitse mw’ishamba cimeza rya Kibira k’uruhanda rwa komine Bukinanyana wimukiye mu kibira kuruhande rwa komine Mabayi mu ntara ya Cibitoke kuva ku musi wa gatatu igenekerezo rya 12 kigarama 2018. Ivyo vyabaye mu gitondo c’uyo wa gatatu aho  muri zone Bumba ku mutumba Ruhembe hibonekeje  imbonerakure zishika kuri 20 zagenda  n’amaguru zijana Nderama, Rubuye ku ruhande rwa komine Bukinanyana zerekeza ku mitumba ya Ngara, Rutabo, Rutorero, Gafumbegeti yo muri komine Mabayi. Bikavugwako zari ziherekeje interahamwe mu kibira co muri komine Mabayi  ngo zitari zizi inzira neza ija mu Rwanda. Izo mbonerekure muguhindukira zaje n’imodoka yo mubwoko bwa dina y’ishure ryisumbuye rya Butara (Lyecée Butara) bikavugwako yatanzwe n’umuyobozi waryo. Ayo makuru  avugako amategeko atangwa na komiseri  Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika akayacisha ku bajejwe intwaro nacane cane Jean Bosco Hategekimana musitaneri wa komine Bukinanyana. Uwo nawe akaba ariwe yarasanzwe yahawe igikorwa co kugaburira izo nterahamwe igihe zari mu kibira kuruhande rwa zone Bumba.  Bamwe mubajejwe intwaro bamenyeshako batinya kugira ico bavuze ariko bagahanura urwaruka kwirinda gusubira kwimba inzahabu mu kibira kuko abatari bake bamaze kwicwa n’izo nterahamwe zikorana n’imbonerakure.
IMISORE 19 YARAFATIWE MU NTARA CANKUZO IGIYE MU GIHUGU CA TANZANIYA GUPAGASA
Ku musi w’Imana igenekerezo rya 11.11.2018 mumasaha ya sahindwi z’umutaga  hafatiwe muri zone Twinkwavu, komine ya Cendajuru i ntara ya Cankuzo, imisore igera kuri cumi n’icenda ivugako igiye guca ingero mugihugu ca Tanzaniya. Abo bafashwe baciye begeranirizwa ku mugwa mukuru wa komine Cendajuru aho vyaboneka ko bari bashonje kandi barushe. Bavugako bari bagiye mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya kuronderayo ubuzi, bavuye muntara za Karusi na Kirundo aho bivugwako ubukene bwabaye ndanse. Kuri uyu wambere igenekerezo rya 12 munyonyo 2018, uwurongoye iperereza mur’iyo ntara akaba yaciye aja kubaraba aho bari begeranirijwe ariko akaba yahavuye abakurayo isaha zibiri zijoro(20H) abatwara ahantu hataramenyekana.  Amazina y’urwo rwaruka, amakomine bavukamwo canke uwari abatwaye n’iyo bageze gushika ubu tu bahaye aya makuru tukaba tutarabimenya. Ababibonye bafise amakenga ukuntu yari yahashitse hakiri kare ariko akiteza utunyoni ntabatware hakibona ngo bamenye iyo abatwaye bagatinyako bazokurikizwa Jonas Mugara na mugenziwe.  Tubibutse ko uyo Jonas Mugāra, yari umunywanyi akomeye wa Rwasa Agathon n’uw’aramuhetse ku moto Innocent Gasase bagiye amazimayongo batwawe n’iperereza nyene bakuwe aho mu Cendajuru mumpera z’ukwezi guheze kw’icumi 2018 bikavurwako biciwe muri parike ya Ruvubu iri muri komine Kigamba yo mur’iyo ntara ya Cankuzo aho uwambere yoba yishwe umusi afatwa ariko uwundi bikavugwako yishwe amaze imisi apfungiwe mugasho ka komine Kigamba.  Abasitanteri bayo makomine, Béatrice Nibaruta wa Cendajuru na Rose Nahimana wa Kigamba bakaba batungwa urutoke n’abanyagihugu ko boba baragize uruhara rukomeye murupfu rwa Jonas na Innocent bavuka muri komine Gisagara.
Burundi: Bakaramuka basinye Amasezerano adafatiye kubiganiro nyavyo birabaraba.
Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yandikiye ibaruwa Umunyamabanga Mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungungu ONU kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 7 Nyakanga 2018, amumenyesha aho ahagaze ku biganiro biriko birategurwa mu gutorera umuti indyane ziri mu Burundi kuva mu mwaka wa 2015.Ayo mashirahamwe yanditse iryo baruwa amenyesha ko Amasezerano ya Arusha hamwe n’Ibwirizwa Nshingiro riyakomokako ryo muri 2005 bigifise ikibanza ca mbere mu gutorera umuti indyane za politike zirangwa mu Burundi ko vyosubizwa agaciro. Ayo mashirahamwe akaba adatahura ukuntu Petero Nkurunziza n’abamufasha kurongora uBurundi basanzwe bariko bagirwako amatohoza na Sentare Mpuzamakungu ku mabi bakoreye Abarundi bokwicagurira abo baganira bagakumira abo barungikiye imitahe mpuzamakungu yo kubahagarika. Ayo mashirahamwe amenyeshako igihugu ca Tanzaniya kitagishoboye kwakira ibiganiro vyizewe na bose mu gihe kimaze imisi cerekana inyifato itabereye kubatavuga rumwe na Leta y’i Bujumbura hamwe no mu kuburabuza impunzi z’Abarundi cakiriye. Bakabandanya basabako ibiganiro vyotunganywa neza nayo ahandi hazofatwa ingingo itorohereza Petero Nkurunziza kukaba nkako ivyo biganiro biriko birategurwa vyakumiriwemwo abari mu matati nk’aha bakaba bavuze ko n’Urwaruka, Abakenyezi n’Abarongoye Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike kandi bafise ijambo mu kurondera amahoro arama mu burundi. Ayo mashirahamwe yarangije iryo baruwa amenyeshako ibiganiro vyizewe, bihurikiyemwo bose kandi birashe ariwo muti nyawo w’indyane zirangwa mu Burundi. Tubamenyesheko ibiganiro bihuza Abarundi ku ncuro ya vyo ya gatanu biriko birategurwa n’umufasha w’umuhuza Benjamin William Mkapa aho yagiye kubonanira mu gihugu c’uBubiligi n’abarongoye CNARED-Giriteka , urunani rw’abanyepolitike biyonkoye kuri CNDDFDD hamwe n’abahora barongoye imigambwe itavuga rumwe na reta y’uBurundi. Isomere iryo baruwa mu rurimi rw’igifaransa
Abasirikare batatu bapfuye abandi 5 barakomereka
Muri rino joro ryakeye igenekerezo rya 5 rishira irya 6 nyandagaro, imodokari ya gisirikare yo mubwoko bwa Pick Up  yarategerewe n’umugwi w’abantu bitwaje ibigwanisho mumasaha ya sambiri z’ijoro hicwa abasirikare batatu b’igihugu abandi batanu barakomereka. Abakomeretse baciye bajanwa mu bitaro vy’abasirikare mu Kamenge aho bariko baravurigwa.  Abanyagihugu bugarijwe n’ubwoba ntangere kubera bivugwako uwo mugwi waciye ujana mu rukoko.

Burundi : Abashoferi b’amakamyo atwara imizigo iva Tanzaniya bagomba bahagarike akazi.
Inyuma yaho reta y’igihugu ca Tanzaniya itangarije mumpera z’ukwezi kwa gatatu 2020 ko hari umushoferi yafata ingendo zo mu Burundi, RDC na Tanzaniya yanduye ikiza ca COVID19, abashoferi b’amakamyo atwara imizigo iva Tanzaniya aza mu Burundi bamenyeshako reta y’uburundi idahagaritse ihohoterwa bakorerwa ko bagiye guhagarika akazi.  Abo bashofere bamenyashako kuva kumupaka w’uburundi gushika aho bapakururira imizigo bibatwara imisi itanu, nahone kugira bahashike ukamengo ni igihugu kiri muntambara, bakagenda barahagarikwa, bakwa amafaranga inzira yose, bagenda baribwa imizigo yabo aho ngo haza n’abafise inkoho, baciribwa umukenke rimwe na rimwe (quarantaine) mubuzima bubi, bakababazwa n’uko kuva Dar-es-salaam gushika kumupaka ari ibirometero amajana n’amajana ariko hakaborohera kurusha mu Burundi ari urugendo rw’amasaha makeya cane arihamwe boroherejwe.   Bakamenyeshako kugira umushoferi aronke ico afungura bimugora kubera mu Burundi bagirizwa kwinjiza CORONAVIRUS kandi baba bariko bakora akazi kemewe. Bakavugako uburundi bukikujwe n’ibihugu vyose birimwo uwo mugera batumva igituma aribo bowagirizwa kandi woshobora no kuva n’ahandi.   Kubera ivyo bamenyeshako niyo reta y’uburundi itisubirako ngo ihagarike ihohoyerwa bakorerwa kumabarabara no gupakurura imizigo bagiye kubika amakamyo yabo hanyuma basubire muhira iwabo.  Amakuru dukura mu gipolisi c’uburundi ntahakana ivyo kwakwa igiturire ku mabarabara amanyeshako :” Ibarabara niyo somaliya yacu” uko bavuga. Bikavugwako umupolisi kitabujijwe ko arya igiturire ahubwo ko ikibujijwe ko ari ukukirya ntaheko umushefu wiwe, uwo nawe agaha uwumukurira gurtyo gurtyo. Mugihe uburundi bwoguma bwitwara nabi mukutubahiriza amasezerano agenga akarere ka Africa y’ubuseruko, bushobora gukurwa muri uwo muryango. Eka na SADC bwariko busaba kwinjiramwo nahore bugashobora kutazokwemererwa kuko butoba bwemeye gukora nk’ibindi bihugu mu kworohereza urudandazwa.
Burundi : #CORONAVIRUS: Igitoro coba kigiye kuva kuri 2400FBu kikaja munsi ya 1200FBu kw’iritiro?
Kuva ikiza COVID19 cadutse  mu gihigu c’ushinwa muri kigarama 2019 hanyuma kigakwira isi yose, ibiciro vy’akagunguru k’ibitoro kagiye karakorora ibeyi kw’isoko mpuzamakungu aho akavuye kumadorari y’abanyamerika  63,6 $  mu kwezi kwambere 2020 kakaba kageze kuri 26,11$ kur’uyu wambere igenekerezo rya 6/4/2020. Mugihe iyo akagunguru k’igitoro (Baril) kaduze kw’isoko mpuzamakungu, reta y’uburundi  yaca  iduza vyihuta igiciro c’igitoro kw’iritiro ivugako arico cabitumye, abakora mu gisata co gutwara abantu n’ibintu hamwe n’abanywesha igitoro bobo gushika ubu ntibarigera bamenyako igiciro caco cakorotse kuriryo soko ngo batezurirwe nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga.  Igiciro c’igitoro muma sitasiyo y’igitoro mu Burundi  nka bwose kikaba kikigurwa amafaranga yegereye 2400FBu mugihe kw’isoko mpuzamakungu cakorotse kurugero rurenga 50% bitumwe n’uko ibihugu vyinshi vyasavye abantu kuguma mumazu yabo, ingendo zigahagarara, ibihugu vyacimbuye bikabura isoko.  Mu Burundi igiciro c’igitoro kw’iritiro categerezwa kutarenza 1200FBu abaye menshi ndetse n’ibiciro vyo kwiyunguruza bikagabanuka cane na cane cane ko igitoro ari kimwe mu bidandazwa uwukiranguye yemerwa kurengana mu bihugu vyose cokimwe n’ibifungurwa.

Burundi : #Coronavirus:  Hôtel source du Nil yugawe.
Ihoteri ikomeye, Hôtel source du Nil imenyeshako yahagaritse kwakira ingenzi no kwakira abayigana kuva uno munsi gushika igihe kitaramenyekana.  Mw’itangazo ryashizwe ahabona kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 02/3/2020, umuyobozi ajejwe intwaro n’ubudandaji amenshesha ati: “…kubera imvo zitatuvuyeko, ibikorwa vyo muvyumba vy’amakoraniro, ibiro,ivyo gufungurira abantu,ivy’uburaro, ubwogero, bihagaritswe gushika hafashwe ingingo nshasha..” Amakuru dukura hirya no hino amenyeshako iyo hoteri ariyo igiye kuzohora yakira ingenzi zizoba zivuye mubihugu bivugwamwo ikiza ca CoronaVirus kimaze gufata abantu barenga 90000, abarenga 3000 bakaba bamaze kwitaba Imana.
Rumonge: Ivy’amatongo yegereye ikiyaga ca Tanganyika
Kuri uyu wa 27/2/2020, ubushikiranganji bwo gutwara abantu, inyubakwa no gutunganya amatongo bwarandikiye buramatari w’intara ya Rumonge bumusaba gukurikiranira hafi igurishwa ry’amatongo yegereye ikiyaga Tanganyika kubanyamahanga.  Mur’iryo kete, ubushikiranganji bumenyeshako bwaronse amakuru ko hari umubirigi amaze imisi agura amatongo kunkengera z’ikiyaga ca Tanganyika ku bwinshi co kimwe n’abandi banyamahanga.  Buramatari w’intara ya Rumonge akaba asabwa gukurikiranira hafi igurishwa rivugako ritemewe kumetero ijana na mirongo itanu( 150 m) uvuye kukiyaga mukarere kose atwara mbere n’aho zirenga yobanza kwisuga ico itegeko rigenga amatongo rivuga mukugurisha itongo kumunyamahanga.  Tubamenyesheko reta y’uburundi yarimaze imyaka isaba abanyamahanga kuzana imitahe yabo mu Burundi, ari muriyo ntumbero hari abari bumvise akamo bakaza.
Burundi : N’iki gituma abakozi ba BRARUDI bagira bahagarike akazi?
Abakozi b’ishirahamwe rikora ibinyobwa BRARUDI, baragabisha umukoresha wabo ko atagikozwe mu musi itandatu bazohagarika akazi.  Vyose vyatanguye mumisi iheze, ishirahamwe HEINKEN risanzwe ariryo ryene BRARUDI rishatse gukoresha irindi shirahamwe ryo mu Burundi (Sous traitence). Bitanguye kwibonekeza ko abakozi bagire bakurwe umwumwe niho sendika yabo yavyiyamiriza, abarongoye BRARUDI baca batangura kubirukako, babarungika gukorera kure y’imiryango, barababurabuza nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga.  Ico kikaba caciye kibabaza abakozi ba BRARUDI gushika aho bapfundika guhagarika akazi, izo ngingo ziramutse zidafuswe. Abakozi bamwe bakaba bafise amakenga ko umugambwe CNDDFDD ariwo woba ugomba usambure BRARUDI ariko abandi bakavyamirira kure bafatiye kubakozi bose bageramiwe kumwe bitaravye imigambwe.  Bikavugwako ubutunzi bwa BRARUDI busanzwe bwifashe nabi bivuye kubihe vya politike uburundi burimwo, ndetse bamwe hakaba bibazako rishobora gutembagara umwanya  n’umwanya.  Tubamenyesheko umugambi wa HEINEKEN wo gukura ikiringe mubikorwa bimwe bimwe vyatanguye kera aho BRARUDI yahereye kubanyezamu n’abakora usuku ikabishira muminwe y’abikorera ivyabo, ubu naho hakaba hashikiriwe abakozi bo hejuru.
Burundi : Umwuga wo guteka ntugiteye isoni.
Mugihe aho hambere abakozi bo mu gikoni bafatwa nk’abakozi bagayitse ubu uwo mwuga usigaye uhurumbirwa n’abize bakabinonosora muri uyu mwaka wa 2020.  Umuboyi, umu groom n’ayandi mazina niyo bahora baha abakozi bo mugikoni,ubu umwuga woguteka abawukora ntibaterwa isoni no kwitwa aba cooker kanatsinda hasigaye hari n’amashure avyigisha.  Tubonye kumbuga ngurukana bumenyi igishushanyo coba cakozwe n’umuhinga muvyo guteka  yitwa Mamadou Ndiaye(yoba atakiba mu Burundi) aho yashushanije umutwe w’umuntu akoresheje ivyamwa, twashatse kumenya nimba mu Burundi hari abahinga boshobora gukinjika neza maze dusanga ni benshi.Twabahitiyemwo uburiro bwitwa “Nyaburunga Restaurant” aho hari abahinga bakinjika muburyo bwa kijambere. Ushitse muri Rohero 2, kuri Avenue de la mission hagati mu gisagara ca Bujumbura, umugwa mukuru w’ubutunzi w’uburundi, wegereye aho bakorera kuri numero 11 wumva hamota neza. Abahafungurira nibo bahatera amashurwe hamwe n’abamaze kuronswa inyisho zo guteka biciye kumbuga ngurukana bumenyi nka whatsapp zitangwa n’abakozi bubwo buriro. Twobamenyeshako mu guteka ari umwuga utunze abantu benshi, kandiko umuntu abaho neza iyo yafunguye neza nakere baca umugani mukirundi ngo Ubwiza buca mukanwa.Nkuko amakuru dukura muri ubwo buriro abivuga  umuntu ashobora kubaterefona canke akabandikira bakamukorera commande yiwe vyihuse: Tél: +25779047097/+25779149703  E-mail: nyaburungarestaurent@gmail.com Mushobora kubona muri bimwe bakora n’ivyo bagerageza kwigana.
Burundi : Abadandaza bo mu Kanyosha baridoga
Abadandaza batanze amafaranga ibihumbi amajana atandatu na mirongo icenda(690000FBu) kukibanza ku muntu, bamaze imyaka itari munsi y’ibiri barindiriyeko isoko yo mu #Kanyosha yuzura ariko gushika ubu amaso yaheze mukirere. Abategetsi bo mu Kanyosha mu gisagara ca Bujumbura bari batanguye kwimurira abadandaza ahahoze akaburi ku Nyabaranda benshi barahomberayo munyuma barabareka ngo baze kudandariza inyuma yiyo soko itaruzura. Izindi soko nka Musaga,Jabe,Kinama,Ngagara na Ruziba zaruzuye zirugururwa hasigara iya Kanyosha.  Tubamenyesheko iyo abo badandaza babajije abariko barubaka iyo soko igituma ituzura inyishu bahabwa ari:”Genda mubaze abajejwe intwaro igituma itaruzura!” none babuze ayo bacira nayo bamira.
Burundi : Umuriro mu Kamenge
Hehejeje kuvuga amasase mu Kamenge bivuye kubasuma bari baje kwiba bikitse mukiza aho station na banke biriko nirasha mu Kamenge kuri gare du Nord mur’iri joro ry’igenekerezo rya 30/01/2020. Nk’uko amakuru adushikira abivuga, station y’igitoro y’ishirahamwe Kobil iri kuri gare du Nord yafashwe n’umuriro igashobora guhereza ibanki ya BANCOBU iyegereye mur’iri joro nyene arihamwe umuriro utazimye. Abasuma bari baje kubwinshi bashaka kwikika mukiza bakaba bateshejwe n’abapolisi aho barashe kugira biruke ariko bikavugwako na Kizimyamwoto yariko ikora arimwe yananiwe kuzimya.

Burundi : Umwaka wa 2020 utanguye nabi kubihereza ibinyobwa vya BRARUDI
Kuva kw’igenekerezo rya 24/12/2019 buca haba Noweli gushika kuri rino genekerezo rya 01/01/2020(ubunani) ibinyobwa vya BRARUDI aho bitabuze vyaradugije ibeyi, n’ibiburiburi amafaranga amajana abiri kw’icupa ugereranije n’ibiciro bisanzwe . Haba i Bujumbura, Rumonge no kumurwa mukuru wa Politike w’uburundi i Gitega aho tumaze kuronka abaduha amakuru, ikinyobwa ca AMSTEL kigurwa amafaranga 2200 kw’icupa, ifanta ikagurwa amafaranga 1000 murumonge kiretse i Gitega ifanta igurishwa F800 ariko ifanta hakaba hari nke cane abandi ntanizo baronse.  Ikinyobwa ca PRIMUS nacone nticaretse kuduzwa ibeyi kandi abacihereza baguma bidoga ko gisigaye  cataye akanovera kikaba kigugwaF1600 kw’icupa; “Mudusabire reta idufashe hakorwe AMSTEL nyinshi kubera ibiyeri bisigaye bisosagirika ukamengo n’ibisukari gusa. ” umunyagihugu yavuganye n’ikiyamakuru Itara Burundi.

Kumena amaso vyabaye ndanse mugisirikare c’u #Burundi
Kugurana amafaranga yunguka umurengera, ivyo bita “Banque Lambert” abandi bakavyita “Kumena amaso” vyabaye ndanse mugihugu ngo bishike mugisirikare c’uburundi ho birimonogoza mur’ino minsi.  Amakuru dukura mu gisirikare c’uburundi FDNB, atumenyeshako hari abasirikare bakuru bakuru bashize imutahe muri urwo rudandazwa rutemewe n’amategeko rwo kugurana amafaranga yunguka umurengera bihetse inyuma yabo batwara.  Haseruka abasirikare batobato mu ma pete, abo nabo uwubatumye kumuguranira amafaranga bagaheza bagakurako nabo inyungu zabo. Abasirikare bavuganye n’ikinyakuru Itara Burundi bamenyesha ko umuntu aguranywe umuriyoni w’amafaranga y’amarundi (F 1 000 000) bashobora kwandikiranira n’uwuyamuguranye ko ahawe imiriyoni zitatu (F3 000 000) mukiringo c’ukwezi, abiri canke kugeza aho bazotangira amafaranga ya misiyo bivanye numwumvikano.  Ariko naho ivyo bikorwa mw’ibanga ntangere, ntibibuzako uwurengeje ikiringo bandikiraniye atarishura umwenda w’abandi asanga konte yiwe yugawe, ubonako abasirikare bose bategetswe guhemberwa muri CECAD na BANCOBU kubagiye muri misiyo.  Bamwe ndetse bakibaza ko ariyo mpamvu abasirikare bagiye muri misiyo batigera bahemberwa rimwe amafaranga bakoreye canke ngo bayabahe akwiye. Bagatanga akarorero kabagiye muri Centrafrique bandikirwa  igihumbi n’amajana ane y’amadorari y’abanyamerika (1400$) kukwezi nukuvuga (F3 900 000 kuri magendo na F2 500 000 muri BRB) ariko hageze guhembwa bagahembwa umuriyoni n’ibihumbi amajana abiri y’amafaranga y’amarundi (F1 200 000) kukwezi  nahone baheranwa amezi umunani bakayahembwa ibicebice(amazi abiri abiri, kumwe, gurtyo gurtyo.)  Ntitwashoboye kuronka abagirizwa urwo rudandazwa ngo tubabaze ivyo bagirizwa kuko abaduhaye amakuru bemezako bigirwa nabasirikare b’amapeta yo hejuru nk’aba coloneri kuduga batigera baseruka.
Burundi : Abagabo batatu batwara Ello Community Company boba barara barabundabunda.
Inyuma yaho bimenyekaniye ko ishirahamwe Ello Community Company ryabesha abantu ko ridandaza amafaranga yo kuri Internet (BitCoin), Habincuti Jean Réné, Rivuzimana Déogratias na Mpawenayo Désiré boba barara barabundabunda gushika kur’uyu wa 30 nyakanga 2019.  Inyuma yaho ikinyamakuru Itara Burundi gishiriye ahabona bimwe mumatohoza cari cakoze kumashirahamwe abandanya yiba abanyagihugu acuruza amafaranga ibanki nkuru itemera harimwo Ello Community Company, abo bagabo tubabwiye aribo bonyene bazi itunganywa ry’ amafaranga yo muri Ello Community Company bamaze kubona biroye ahabona, baciye bugara ibiro vyose bakoreramwo. Aha bakaba bahereye kucicaro gikuru kiri munyubakwa yahozemwo Leo Burundi, ibiro vyari kunyubakwa yitwa Muhororo aho bigishiriza abakozi ibijanye no kudandaza(Trading) i Bujumbura hamwe n’ibiro vyari bimaze gushingwa muntara za Makamba na Gitega. Mugihe iryo shiramwe ryari ryashinzwe kw’igenekerezo rya
29/4/2019 n’abantu batanu : Rivuzimana Déogratias(Rév Pasteur), Nyamibaka
Etienne, Butoyi Pascal, Ndayizeye Josias na Habincuti Jean Réné mu nyuma
hakazamwo abandi bazanyemwo imutahe, hahavuye hadukamwo indyane inyuma y’amezi
makeya ritanguye ubu akaba ari Habincuti Jean Réné na Rivuzimana Déogratias
bari basigaye babazwa ivyaryo hamwe n’uwahoze ari umunyabigega wabo Mpawenayo
Désiré.  Tubamenyesheko abakozi ba Ello Community Company  n’abari bazanyemwo imitahe ngo bazokwunguke
biciye mukugabura inyungu canke mu nyungu z’amafaranga yo kuri internet bita
Bitcoin batashe zirayoye ndetse n’amaterefone abo bagabo bahora bakoresha
bakaba bamaze kuyazimya twabarondeye ngo baduhe umuco turababura ikindi n’uko
bivugwako bari abishikira mumugambwe uri ku butegetsi CNDDFDD aho ndetse
bitavye n’ibirori kw’igenekerezo rya 01 Mukakaro 2019 aho uburundi bwahimbaza
imyaka 57 iheze bwikukiye bambaye n’umwambaro ubereye ijisho.
Burundi : Abavunjayi batari munsi ya 12 baramaze gufatwa n’abapolisi mu misi ibiri, amafaranga yabo atazwi igitigiri  barayatwara.
Inyuma y’ingingo zo gusubiramwo ikoreshwa ry’amafaranga y’agaciro mu burundi zasohowe n’ibanki nkuru ya republika y’uburundi, BRB kw’igenekerezo rya 17 nyakanga 2019 haramaze gufatwa abavunjayi batari muri ya cumi na babiri kuva kuwa gatatu gushika kuwa kane igenekerezo rya 26 na 26 nyakanga 2019. Inyuma yo gufata i Bujumbura, umugwizatunga yitwa Kirahwata ku ejo igenekerezo rya 25 nyakanga 2019 yagirizwa kudandaza amafaranga y’agaciro  kubiciro binyuranye n’ivya BRB yashinze, aho bivugwako ifaranga ry’abanyaburaya yarigurisha amafaranga arenga 3100 mugihe muri BRB atarenga cane 2060 y’amafaranga y’amarundi. Kuri uyu wa kane
igenekerezo rya 26 nyakanya 2019 hagorobeje hafatwa abandi  bavunjayi barenga 11 harimwo uwita Issaa, aho
abapolisi babafashe bari bazanye amagunira bagenda barundamwo amahera y’uwo bafashe.
Amafaranga atazwi igitira akaba araye mu minwe y’abapolisi.  Hagati aho,
Kirahahwata vyavugwa ko yahora aterera umugambwe uri ku butegetsi CNDDFDD amamiriyoni
atari musi ya 10 uko hageze ibikorwa bihambaye nk’amatora n’ibindi, akaba araye
ugasho ka BSR ijoro rigira kabiri.  Amafaranga
yiwe akaba yaragiharurwa muri BRB  aho abakozi
bayo, umuryango wiwe n’abakozi ba kirahwata kuva mumasaha ya sayine zo mu
gitondo(10 :00 ) gushika aho twaronka amakuru inyuma ya cumi na
zibiri z’umugoroba (18 :00) batari bwaheme.  Amakuru turunka
akavugako ububiko bw’amahera bune(4 coffres forts) bwari bwuzuyemwo amafaranga
y’amarundi n’ayagaciro aribwo bwafashwe n’abapolisi imbere yo gufata nyene
bureau de change Kirahwata. Ayo makuru
akabandanya atumenyeshako amanama yiriwe ari urutavanako mubarogoye umugambwe
uri ku butegetsi CNDDFDD kugira barabe uko iyo dossier ya Kirahwata na BRB
yogarukira hafi banarabeko iyo ngingo iriko igirira ingarukambi abanywanyi bawo
yohagarara canke bakaraba ingongo iyiherekeza mu ntumbero yo kutabandanya
batakaza abanywanyi kubwinshi. Aho ni mugihe amakuru adushikira avugako abanyamitahe bariko barahesha kuzana imitahe yabo mu Burundi inyuma yaho hafatiwe amafarana y’umu kiriya wa InterBank Burundi mu mezi aheze yari atwaye mu gihugu kibanyi ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo ariko agafatwa nk’umusuma n’ubu urubanza rukaba rutarahera, iyo ngongo ya BRB ikaba yaje isongera isibe bikaba bivugwako benshi mubagwizatunga bakoresha cane amafaranga y’agaciro bariko bararaba uko bokwugara amashirahamwe yabo batarahomba.
Burundi : Naho ibanki nkuru y’igihugu BRB yiyamirije amafaranga bita BitCoin n’ayandi yo kuri internet abantu babandanya gushiramwo imitahe yabo.
Mugihe ibanki nkuru ya republika y’u #Burundi , BRB iheruka kugabisha abantu bakoresha amafaranga yo kuri internet(monnaie virtuelle). Imenyeshako itayemera kandi ata gihugu cemangako kiyiyitirira kwisi. Ikavuga: #bitcoin ,#Ether, #Litccoin,#Dogecion, #Onecoin, #BTC, #Fahari Cash Coin n’ibindi mw’itangazo kw’igenekerezo rya 20/8/2019 abanyagihugu babandanya gushira imitahe mur’urwo rudandazwa.   Hari amashirahamwe abandanya urwo rudandazwa rw’amafaranga atemewe n’ibanki  nkuru ya republika y’uburundi BRB, mur’ayo twamenyemwo iryitwa Ello Community Company rikorera iruhande y’ikibanza ciritiwe ukwikukira kw’uburundi mu nyubakwa yahozemwo Leo Burundi mu gisagara ca Bujumbura muri étage ya kabiri na Fahari Cash Coin company ryoba rikorera kuri avenue de m’amitié.  Tubajije uwegereye
Ello Community Company batumenyeshako isoko mpuzamakungu bita DESK ritarashinga
ibiciro kugirango abatanze imitahe yabo bashobore kuronswa inyugu. Aho akaba
ari inyishu y’ikibazo twari tubajije igituma abarengeje amezi atatu batanga amafaranga
bidogako batararonswa inyugu.  “Uwitwa Désiré yahora ari umupolisi batazira Maso akiyita Comiseri akaba ajejwe gucungera umutekano mur’iryo shirahamwe , umusenyeri mugipoloti yitwa Rutozi Tharcisse yahoze ari umupatiri ubu akaba asengesha mu ngoro yo kugwego rw’igihugu y’umugambwe CNDDFDD, uwitwa Déo(Umugore wiwe akaba yaratwaye ishirahamwe ryakora nka Ello Community  Company ariko ryugaye) , Réné umuyobozi akaba arinawe aserukira iryo shirahamwe imbere y’amategeko, umukoroneri batazira Kirapanze ubu ari mubutumwa bwo kugarukana amahoro muri Centre Africa hamwe n’uwita Joseph aza avuye i Gitega kukirimba c’umukuru w’igihugu, agenda aracumbagira kuri bakiye wewe akababwirako avugana n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza .” Ivyo dukesha isoko ry’ayo amakuru.  Umwe mubakozi ba BRB ariko atashimyeko twomuvuga izina yatumenyeshako
iyo banki yiyamirije urwo rudandazwa rw’amafaranga yo kuri internet ko abo
babandanya bayadandaza ari “Urudandazwa rwa magendu”.  Yongerako ko uwoshikira abo bantu bariko bashiramwo amafaranga
yobaburira ko bariko barasahurwa.  Mugihe abitura ayo mashirahamwe basangayo ibihangange mumugambwe
uri ku butegetsi CNDDFDD hamwe n’abategetsi mugipolisi n’igisirikare ndetse n’abakora
ku kirimba c’umukuru w’igihugu, bamenyeshako baguma bizerako batokwibwa hanyuma
ngo vyijane abandi tubabajije bakatubwirako ababinjiza nabone atanyungu
barakurayo ahubwo ko bazoronka inyugu aruko binjije benshi. Hari abavugako
batanze 200000F abandi amafaranga y’amanyaburaya 150 abandi ayarenga n’ubu
bakiyatanga kubwinshi.  Tubamenyesheko iryo shirahamwe Ello Community  rirongowe na Jean Réné Habincuti  ryatanguye gukora mu burundi kuva mu kwezi kwa gatanu 2019 kandi  bikavugwako rifise impapuro zisabwa na reta zose ndetse n’abakozi baryo bakaba baragize defire yo kw’igenekerezo rya 01/7/2019 uburundi buhimbaza imyaka 47 iheze buronse intahe yo kwikukira. Amakuru akabandanya avugako iryo nshiramahamwe riheruka kwugurura ibiro vyaryo mu ntara ya Makamba aho ribandanya kwegeranya imitahe ariko atanyungu abayitanze baronswa.  Twagerageje kurondera abarongoye iryo shiramamwe ngo bagire ico batubwiye kuri ivyo bibavugwako ariko ntitwashoboye kubaronka. Uwobashikira canke akaba afise ayandi makuru yotwandikira kuri kuri e-mail yacu info@itaraburundi.com agaha kopi jkazabukeye@gmail.com .
Ingingo y’ibanki ya Republika y’u Burundi yo gusubiramwo ikoreshwa ry’amafaranga y’agaciro yoba igiye gukwega intambara y’ubutunzi n’imibano ?
Inyuma y’ingingo ibanki nkuru  ya Republika y’uburundi, BRB yafashe  kw’igenekerezo rya 17 nyakanga 2019 yo kusubiramwo ikoreshwa ry’amafaranga y’agaciro ivugwako vyinshi harimwo n’uko ishobora gutuma haba intambara y’ubutunzi mu Burundi n’iy’imibano idasigaye inyuma.  Iyo ngingo tugira tubwabire bimwe mu biyigize ikaba yafashwe atandwi zitatu ziheze abavunja amafaranga y’agaciro bita “abavunjayi” bo mu ntara ya Muyinga bafashwe, bakamburwa amafaranga yose bariko baravunja ariko munyuma bagahava bayasubizwa kubera atamategeko yabafata.  Aha twovuga zimwe zimwe mu ngingo zafashwe n’ibanki ya Republika y’uburundi, BRB :  Kur’ico duherejeko twobamenyeshako hari urwandiko rwasohowe na BRB rumenyesha ko amafaranga angana na 10% azohabwa umuntu wese azofatisaha umuntu canke ishirahamwe bakora badafise uruhusha rwa BRB Agashimwe k’amafaranga ibihumbi amajana atanu(500000FBU) kakazohabwa umuntu wese azofatisha umuvunjayi adakurikiza bimwe twadondagura, ayo mafaranga akazoca akugwa mu mafaranga y’ingwari  y’uwo yafashwe azoba ari muri BRB ariko karangamuntu ka nyene kuronka agashimwe kakazosigara muri BRB. Umuhinga abivugako iki ? Umuhinga muvy’ubutunzi yavuganye n’ikinyamakuru Itara Burundi  yatubwiyeko kubona reta y’uburundi yafashe izo ngingo n’uko arizo ibona zibereye nk’igihugu cigenga zofasha ikoreshwa cane ry’amafaranga y’amarundi no kuganya amafaranga y’agaciro atembera bigatuma avujwa muburyo butemewe. Ishigwa mungiro ry’izo ngingo zibonwa uku gukurikira :  « Ni nk’uko hoza umuntu  mw’isoko agasanga igitoke kigurwa amafaranga ibihumbi cumi(10000F) agaca ashinga itegeko ryo kugabanya igiciro c’igitoki akagishira kumafaranga ibihumbi bitatu(3000FBU) kandi atazanye ibitoke. Mur’ico gihe ntawuzosubira gushora igitoke, uwuzoba afise igitoke azokigurisha n’uwo azi atomutanga ngo bamugirire nabi . »   Uwo muhinga atashimyeko Itara Burundi tumuvuga izina yatumenyeshejeko yibazako atamuvunjayi azosubira kwemerako afise amafaranga y’agaciro kandi ko abantu benshi bazobura amafaranga y’agaciro kuko bishibora kujamwo ikimenyane. Igikenewe kubw’iwe n’uko BRB yoshinga amafaranga y’inyungu yemewe kandi yumvikana kubacuruza amafaranga y’agaciro ivyo navyo BRB ikaba yahavuye ishinga inyungu ya 15%.  Uwo muhinga yavuganye n’ikinyamakuru Itara Burundi abonako amafaranga y’agaciro kugira aboneke mu gihugu ari menshi hari ibintu vyinshi bisabwa ndetse akarangiza agaragaza amakenga afise kuvyerekeye ishigwa mu ngiro z’izo ngingo.  Mu bavunjayi twavuganye babonako iyo ngingo ije guhuhura ivyahuhuka kubera amafaranga y’agaciro atarakiboneka vyoroshe ariko ko uko zivugijwe ariko zitambwa ataco bafise bovuga kuri iyo ngingo. Abanyagihugu  bagize ico bavuga kurizo ngingo Umwe mubavuganye n’ Itara Burundi yiyumvira ko izo ngingo zoba zitumbereye kuburabuza imigambwe cane cane itavuga rumwe na reta yoba yari yizigiye kuronswa intererano n’abakunzi canke abanywanyi bayo bari hanze y’igihugu.  Uwundi nawe yatubwiye ati : «  Asha BRB yaduhaye akazi kabisa; ubu uwuzofata umuvunjayi arenze amategeko azohembwa amafaranga ibihumbi amajana atanu(500000F), narirya ibishomeri vyari vyinshi turaronse akazi!» Aha akaba yatubwiye bumwe muburyo abavunjayi bazofatwamwo :   « Umuntu azogenda afotore amafaranga ace agenda ku muvunjayi, ahejeje kumuvunjira ace amutanga hanyuma bamufatane amafaranga azwi numero »   Tubamenyeshejo mu gufata izo ngingo BRB imyeshashako ari ukwisunga amasezerano yasinywe na reta y’uburundi yo kwinjira mw’ishirahamwe ry’ibihugu vya afrika y’ubuseruko, EAC ariko ko  mu bindi bihugu bigize iryo shirahamwe umuntu canke ishirahamwe buguruza konte muri banke bashaka atari ngombwa ibanki nkuru y’igihugu, aho mbere no mu burundi hari ama banki yari yaje kuva uburundi bwinjiye muri EAC mu mwaka wa 2007 aho yaza yizeyeko uburundi buzobemerera gukora neza. Akarorero ni ibanki y’abanyakenya, KCB yoba yarankiwe gukoresha uburyo ikoresha mu bindi bihugu kandi mukuza mu Burundi yoba yemererwa kworoherezwa ndetse n’izindi aho usanga umuntu agenda agashika atora amafaranga yiwe mu gihugu cose aroyemwo ariko yashika mu burundi ntashobore gutora kuri konte amafaranga y’agaciro yiwe uko avyipfuza.  Twarandikiye  ibanki nkuru ya republika y’uburundi kugira iduhe umuco ku bibazo bimwe bimwe bijanye n’izo ngingo iriko irafata zerekeye ikoreshwa ry’amafaranga y’agaciro ariko ikaba itaraduha inyishu.
Burundi: Umutahe w’amafaranga 24000FBu uratunze impunzi iba muri Kenya
Innocent Havyarimana yatanguje umugambi wo gukora amasabune afise amafaranga igihumbi y’ama kenya ni ukuvuga 24000 y’amafaranga y’amarundi none akoresha abakozi 18 agashobora kwirihira amashure akanikenura. Nk’uko yabituganiriye, Innocent Havyarimana yari yize kaminuza y’uburundi aca agenda kubandaniriza mu gihugu ca Kenya aho yari yahingiye .  Nk’uko mwamwiyumviye Innocent Havyarimana ahanura urwaruka rwahejeje amashure kwironderera ico rwokora rutarinze guhanga amaso reta ngo niyo itanga ubuzi. Agasaba ababishoboye kumufata mumugongo akagura imashine yomufasha gukora amasabune menshi akagura isoko y’umwimbu wiwe.  Aboba bafise ico bomufasha bomuronka kuri whatsapp +254703937397
Burundi : Abakoresha amafaranga y’amarundi bahawe  gushika kw’igenekerezo rya 2/8/2019 ﻿
Ibanki ya
Republika y’uburundi, BRB yaraye yandikiye amabanki n’amashirahamwe yo
kuziganya no kuguranana kw’igenekerezo rya 31/7/2019 ikete riyamenyesha ko kuva
kw’igenekerezo rya 2/8/2019 inoti za kera z’amafaranga ya 500, 2000, 5000 na
10000 zitazoba zigikoreshwa. Mur’iryo kete, Melchior
Wagara na Annonciate Sendazirasa, icegera ca mbere n’icakabiri vy’umukuru wa banki
nkuru y’igihugu, bateyeko umukono rimenyesha amabanki n’amashirahamwe yo
kuziganya no kuguranana ko guhanana n’abanyagihugu inoti  za kera na nshasha twadondaguye  bitazorenza kw’igenekerezo rya 2/8/2019.  Amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana aka yahawe
imisi ibiri y’akazi izoshika kwigenekerezo rya 6/8/2019 kugira abe yashikanye
inoti zishaje zose mu mabanki bakorana ayo nayo ahabwa imisi itanu y’akazi
izoshika kw’igenekerezo rya 9/8/2019 yo kuba yashikanye inoti zose za kera muri
BRB. Izo noti z’amafaranga ya 500, 2000, 5000 na 10000zikuwe kw’isoko zikaba zari zasohotse kw’igenekezero rya 29/4/2015. Nk’uko vyari vyagenze inoti y’amafaranga igihumbi(F1000) ntibe yari muzari zahinduwe ico gihe, igasoka mu kwezi kw’icenda 2015, n’ubu niko vyagenze kw’iyo noti y’amafaranga 1000, izobandanya ikoreshwa naho atagihe isigaje camenyeshejwe.  Reta irongowe n’umugambwe
CNDDFDD yama ifyatura amafaranga mashasha uko himirije amatora mu ntumbero yo
gukenesha abanyagihu kugira igure amajwi nk’uko twabishikirijwe n’umuhinga twavuganye.
Tubamenyesheko izo noti z’amafaranga y’amarundi zizobandanya zikoreshwa zari zasohotse kw’igenekerezo rya 02/5/2019 kandiko hari abanyagihugu boba batunze inoti za kera canke abadandaza batazi gusoma ndetse n’abakoresha amaranga y’amarundi bari mu mahanga nko mukuvunja n’ibindi bashobora kuzokworoherezwa n’iyo ngingo ihawe umwanya muto wo  gushirwa mu ngiro narirya atatandukaniro rinini ryari ryabaye ku noti za kera na nshasha.
#Burundi: Abarimyi baridoga ko batagurisha umwimbu wabo mu mwidegemvyo
Mugihe uku kwezi kwa Mukakaro aba ar’igihe c’ukwimbura kubarimyi bo mu ntara zimera cane cane ibiharage, umuceri, ibiyoba , ibgori, n’ibindi, uyu mwaka wa 2019 ababadadaza ntibemerewe kuvana ibidandazwa mu ntara imwe babijana mu yindi. Buramatari w’intara ya Muyinga aheruka kubuza abadandaza bo muriyo ntara gushorera umwimbu na cane cane ibiharage mu zindi ntara z’uburundi, uw’intara ya Bubanza nawe akaba aheruka kubuza abarimyi b’umuceri kuwushorera ahandi.  Aho ni mugihe Petero Nkurikiye avugira igipolisi c’uburundi aherutse kugabisha abadandaza bo mu ntara zihana imbibe n’ibihugu vya Tanzaniya n’u Rwanda ko uwuzofatwa agerageje gusohokana ibidandazwa mur’ivyo bihugu azoca afatwa ndetse n’ibidandazwa akavyakwa. Akagirako amenyeshako hamaze gufatwa amatoni atari make y’ibifungurwa vyari bijanywe hanze.  Umunyagihugu twavuganye aribaza ari hamwe abategetsi boguma babuza abanyagihugu gushora umwimbu wabo mu mwidegemvyo  hanyuma abadandaza bagaca bikika mu kiza bakabibagurira ku mafaranga y’intica n’ikize bitwajeko ataho babishora, ko vyozohava bizimba cane mu mwanya muto kandi bazosigara mu bukene ntangere aho kwiyuha akuya.  Uwundi nawe akabonako ari hamwe abadandaza bo mu Rumonge boca babuzwa gushora amavuta y’ibigazi, abo mu Rutana ntibemererwe gushora ibidudu bivamwo ifu y’umwumbati, abo mu Mugamba ntibashore ibiraya n’ibingano,  abo mu Cibitoke ntibashore itomati n’ibindi vyamwe, gurtyo gurtyo ko uburundi bwoba bubaye agasho narirya abatunzwe no kurima baba bakeneye kwikenura muvyo batarima canke ivyo bagura atari ibifungurwa mu gihe boba bashoye umwimbu ku mafaranga akwiye.  Twobamenyeshako abarundi benshi batunzwe n’uburimyi n’ubworozi ibere y’abadandaza
n’abakozi ba reta.
Burundi Abakozi bo muri #REGIDESO bari bizeye ko ijambo rya Petero #Nkurunziza rigiye mungiro ariko basubije amero mw’isaho.
Inyuma y’amasaha adashika 24 Anatole Nzinahora, umuyobozi ajejwe abakozi mw’ishirahamwe ryo gutanga umuyagankuba #REGIDESO yanditseko abakozi baryo bagiye kuronswa amafaranga y’akarusho gahabwa abakozi bakoze neza uko umwaka utashe, ico bita annal mukinyamazuru, yanditse ikete ribihagarika kuri uno wagatanu igenekerezo rya 18 mukakaro 2019. Tubamenyesheko ijambo ry’umukuru w’igihugu rifatwa nk’itegeko mugihe mw’ijambo ryiwe ry’igenekerezo rya 1/7/2019 yari yemeyeko ubwo burusho bugiye gutangwa.
Burundi: Abadandaza bo ku Musaga kuri station basabwa amafaranga y’umurengera mw’ibanga kugira babandanye bahadandariza.
Guhera mw’ijoro ryo kumusi wa kabiri igenekerezo rya 26/3/2019, abadandaza begereye zone Musaga mu gisagara ca Bujumbura ntaburenganzira bwo gukora bagifise. Nk’uko amakuru dukura ku Musaga abitumenyesha, kiretse umudandaza umwe
asatura imbaho, yoba yemeye kuzotanga amafaranga ibihumbi amajana atanu(500000FBU)
hararenze ejo abandi badandaza bose amazu ry’idandarizo (Kisoques) yabo yiriwe
yugawe k’ur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 27 ntwarante 2019 .    Abo badandaza bakamenyeshako baheruka gusabwa kwegeranywa amafaranga angana
ibihumbi amajana abiri abiri ku muntu(200000FBU) ngo bayahe umuntu umwe wo hafi
yabo nawe ayashikane hejuru nabo bakavyanka, ariko kubona mw’ijoro ry’ejo kuwa kabiri,
haza commissaire ajejwe umutekano mugisagara ca Bujumbura bita Mohamed  yugara utwo tuzu bakoreramwo twose.   Nk’uko ayo makuru abandanya abivuga amakiyosike yose yoba yababa ijana rero
umwe atanze ibihumbi 200000 yose hamwe yongana imiriyoni mirongo ibiri z’amafaranga
y’uburundi, amafaranga abo badandaza babonako kwoba ari ugusahurwa no kunyonora
ubutunzi bw’igihugu narirya atoba yinjiye mu kigega ca reta ikirenzeko bakaba
batabwirwa ico yoba avuyeko n’ico yoba agiye gukora.  Mugihe ibibazo vyabaye vyinshi ngaho ku Musaga, bamwe bibaza ko woba ari
umugambi wo kuzoha imbonerakure ivyo bibanza mu kugiriranabi abo badandaza
bahorwa imvo za politike, amakuru twaronse n’uko muri utwo tuzu twugawe harimwo
n’ak’umushingamateka Lewis Niyongabo yatowe yahora mu bakokayi b’aho ku Musaga
n’utw’abandi bari mumugambwe uri ku butegetsi.  Mumakuru twakuye
mubegereye umugambwe uri ku butegetsi CNDDFDD, ubukene bw’amafaranga burangwa muri
reta na cane cane muri Mairie ya Bujumbura mu bahawe ibiti bikomeye, boba
basabwe gushikana hejuru amafaranga, nabo akaba atahandi bayakura atari mu
banyagihugu rero ko bwoba ari uburyo bwo kwegeranya amafaranga atagira amakanda. Nk’uko vyagenze
muri aya mezi aheze aho abadandariza kw’ibarabara rya Bujumbura-Rumonge hafi y’ikiraro
ca Kanyosha  batswe amafaranga mw’ibanga
ntangere kugira babandanye bahakorera, bikavugwako batanze ayatari musi y’ibihumbi
amajana abiri ku muntu akaba ariyo mvo vyoba bir’uko n’aho ku Musaga.  Tubamenyesheko abo bugariwe amazu y’idandarizo bari basanzwe bariha amakori
n’amatagisi nk’uko bisanzwe kandi ko bari bafise n’uburenganzira bwo gukora
bahabwa n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura abatari bwaronke impapuro zisabwa
bakaba babandanya bazihabwa ariko atanahamwe barasabwa ku mugaragaro ayo
mafaranga avugwa mw’ibanga ngo bamenye ivyarivyo bagasabako reta yobareka
bakabandanya bakora kuko imiryango yabo igiye kwicwa n’inzara.
Abakozi b’ishirahamwe Lumitel batonze bambaye umwambaro wirabura.
Mugihe vyari bimenyerewe ko abakozi ba Lumitel, ishirahamwe ryo gutumatumanako tiyuruka mugihugu ca Vietenam, bambara umwambaro w’umuhondo uriko ivyandiko vy’ubururu biranga iryo shirahamwe, kuri uno musi wa kabiri igenekerezo rya 7 nyandagaro 2018, mu gihugu cose bazindutse batonda kukazi bambaye imyambaro yirabura. Nk’uko babimenyesha bavugako bafatwa nabi kukazi n’umukoresha wabo naho batashimye kuvuga vyinshi kuburyo bafashwe, bavugako kubera bipfuza kwumvirizwa inyuma yo gusaba imibonano n’ibiganiro kenshi umukoresha wabo akica amatwi, bahisemwo kwerekana umubabaro wabo mu kwambara impuzu zirabura. Tubamenyesheko uno musi wakabiri baciye bawita « Mardi Noir » mu kirundi « Uwakabiri wirabura » kandiko bahamagarira umukoresha wabo gukurikiza amategeko agenga abakozi n’akazi yo mu Burundi ndetse na mpuzamakungu akabaroraniriza.  Tukaba tutararonka abarongoye Lumitel ngo twumve ico babivugako.
“Umugwizatunga nka wewe ashobora gukoresha ubwo buryo mugutorera inyishu izindi ngorane zisanzwe ziri ngaha muri afrika ! Ariko utabishaka kubikora, hazoza uwundi abikora avuye muri amerika, mu buhindi canke mubushinwa kandi azobikorera kumuryango iwawe…”
Ruhuka gato: #Agatima_kogutora_inyishu  __Kutagira ibikwiye, ntibisigura kutagira nakimwe! Abantu benshi bariko bariyumvira inyishu, harimwo ama reta, abatanga imfashanyo n’abagwizatunga(baba abarondera inyungu canke abagiraneza), nka bose bariko bagerageza kuzoturonsa ivyo tudafise ariko harikindi kintu dushoboye  « Gukora », hamwe no kwama twibuka imisi yose…. # Kutagira ibikwiye, ntibisigura kutagira nakimwe! Kimwe mubibazo vyambere nibajije aho natangura kwandika kumbuga ngurukanabumenyi  mumyaka itanu iheze cari iki : « Ni igiki ufise muntoke zawe ? » Nabajije iki kibazo mumwanya hari ikintu camfashije mukwizera kwanje. Imana yabajije Mose : « Ico ni igiki ufise muntoke? » Kandi mu gihe yishura mu bintu vyose yarafise yari inkoni y’ubwungere, Imana ikintu gihambaye yamubwiye : « Ico kirahagije kuvyo ngomba gukora ! » Kandi turazi twese ko akoresheje inkoni, Mose yarahambaye gushika naho yakoresheje iyo nkoni hakaboneka inzira mukiyaga! # Kutagira ibikwiye, ntibisigura kutagira ikintu nakimwe! Iyo dufise bike, ntitwogerageza gukora ibishoboka vyose, ahubwo twogerageza kudatakaza n’ivyo bike dufise! __Kwagura ubushobozi bwa bike dufise nivyo twokwira @UbugwizatungaNyabwo (@RealEntrepreneurship)! Ubu inzira yo kugwiza itunga ishika ku ntumbero ifatanye no « Gusangira ubutunzi = shared economy” uburyo bw’ub’ubudandaji(business model). Nk’ubu murumva inkuru z’urwaruka hirya no hino kw’isi rwitayeho gutanguza ibikorwa rukoresheje ubuhinga bw’igitangaza kandi buke mu ntango, ugereranije n’ivyosabwa vyoba vyitezwe. # Kutagira ibikwiye, ntibisigura kutagira nakimwe! Ushobora kuba mu gihugu aho bisanzwe bidakunda kuronka ingurane, nk’iyo na cane cane iyo uri umugore. Biranashoboka ukaba uba mukibanza aho abazi ubwenge baboneka ko bafise akaryo ko kwiteza imbere ubwabo be n’imiryango yabo gusa. Ivyo biba mugihe iyo ubwo budandaji bwerekeye isi n’ibiyivamwo. __Kuronka akazi bishobora kuba bitanakunda, kuberako atariho bari… Ntibiguhagarike umutima! “Ico ni igiki ufise mu ntoke?” …kirakwiye mwe n’abagenzi bawe ngo mutangure! Ndazi kimwe kiri mu ntoke zawe: Ubu urafise terefone igezweho canke uraronka internet, iyo bitaba uko wewe nanje ntituba turiko turaganirira ngaha ! Iterefone igezweho bita smartphone (naho koba akamakeya)irakwiye ngo utangure ubudandaji. (abantu muciye ubwenge, ibi murabizi). Ubu ninde ashobora kumbwira ku « Gusangira ubutunzi » Ubwoko bw’ubudandanji ? (abantu muciye ubwenge, nahanyu). # Kutagira ibikwiye, ntibisigura kutagira nakimwe! Nk’uko twabiganiriye ngaha ubwambere: Ubudandaji nka Uber, AirBnB na Tencent bwose bwubatswe muciyumviro co « Gusangira ubutunzi » Ubwoko bw’ubudandanji. Abamiriyoneri n’abamiriyarideri bo muri afrika(abagwizatunga) muri kazoza bazoba ari abashizeho ubwoko bw’ubudandanji bwo  « Gusangira ubutunzi » kandi bagakoresha neza ubutunzi buke dusanganywe muri afrika. Ibi mubifatireko: Amahinguriro arenga  mirongo ine kw’ijana(40%) yo muri afrika ahomba atararonka abaguzi, ibi nivyo bita ubuhombe bw’inyuma y’umwimbu “post-harvest losses.” Ari hamwe twogerageza tukagabanya ubwo buhombe, inyungu zoba igitangaza, kurengera uko twovyiyumvira. # Iyumvire nk’umugwizatunga, iyo wize iki kibazo(nk’uwuriko arakora ubu nyene) woca ubona akaryo gashimishije. Bamwe mubavyiyumvamwo b’abagwizatunga bo muri afrika bariko barakorera muri ico gisata : “ Inzira zo kugabanya ubuhombe inyuma y’umwimbu.” Fatira kur’ibi: Mu bihugu bimwe bimwe, hafi mirongo ne kw’ijana(40%) vy’abana barazingamitswe no gufungura nabi. Igi rimwe kumusi ryofasha gukura neza kubice mirongo ine kw’ijana(47%)! # Ibaze iyaba twateza imbere uburyo bw’ubudandaji (nk’abagwizatunga) kugira turonke amagi canke twungukire mubikenewe biri mumagi, kwishure rimwe rimwe ryose ! Mu gihugu c’ubuhinde barafise umugambi nk’uwo wo kugerageza kuronka igikombe c’amata n’igi rimwe kubana batobato bose. Mperuka kugendera abagwizatunga bo mu Rwanda bahingura imfungurwa z’abana bagomba gutorera umuti ico kibazo. Ndakunda urwo rudandazwa ! Hari amajana n’amajana y’ubudandaji bwiza cane buriko buraboneka mugisata c’uburimyi hakoreshejwe « Gusangira ubutunzi » Ubwoko bw’ubudandanji. Munama y’ishirahamwe yiswe « Giving Pledge » mu myaka mikeya iheze, ntarihweje umwana yitwa Brian Chesky ari mubashinze ubudandaji bise AirBnB. Ubu aramaze kuronka nk’imiriyoni zitanu zirenga z’amadorari. Igihe twahura yaragifise nk’imiriyoni mirongo itatu, ariko umuraba abonekako akiri muto. Ubwo ni uburyo bwiza b’ubudandaji! __Ariko hari ikindi kintu: Umuyabaga w’umugwizatunga nka wewe ashobora gukoresha ubwo buryo mugutorera inyishu izindi ngorane zisanzwe ziri ngaha muri afrika ! Ariko utabishaka kubikora, hazoza uwundi abikora avuye muri amerika, mu buhindi canke mubushinwa kandi azobikorera kumuryango iwawe…. Ubucuruzi bwanje buterimbere ningoga kandi n’ubucuruzi bw’igitangaza buhagaze ku « Gusangira ubutunzi » ubwoko bw’ubudandaji- busambura ubwoko bw’ubudandaji bwakera. Ni gute nk’umugwizatunga w’umunyafrika wokwiha iyi ntumbero, ukayikoresha mugutorera inyishu ibibazo biguhanze? Nshaka twese twiteho ubudandaji bukoresha « Gusangira ubutunzi » nk’ubwoko bw’ubudandaji. Iyi niyo nzira nyayo ridushikana kuba abagwizatunga. Ibwire uti «  Ndi kurivyo » #Agatima_kogutora_inyishu. Jako ubu nyene! Bizobandanya. . . Ivyanditswe kuri facebook n’umugwizatunga Strive Masiyiwa uwashinze Econet Wireless bisobanurirwa mu kirundi na Jérôme Kazabukeye
Burundi: Patiri Simoni Ruragaragaza yitavye Imana
Inyuma y’imisi itari mike Patiri Simoni Ruragaragaza agwariye mubitaro POLYCEB, yitavye Imana kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 24 nzezo 2020. Patiri Simoni Ruragaragaza akaba yari asigaye aba ku kirimba ca Musenyeri wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura inyuma yokurongora Paroisse Saint Joseph yo mu Ngagara imyaka myinshi. Akaba ashengeye afise imyaka 83, yari yavutse mu mwaka wa 1937 i Bukeye muntara ya Muramvya. Yarajejwe amabanga atandukanye inyuma yo kwatirwa mu bapatiri mumwaka wa 1963. Bikavugwako yari ashaje cane kuburyo no mu misa vyashika agasinzira ariko arayisoma.

﻿Burundi : Isirayeli ya kabiri n’inkota y’Imana vyoba bihuriye hehe na politike ?
« Inkota y’Uhoraho yoba izomanuka irazunguruka mu kirere igahitana imitwe y’abantu canke hari abariko barakarisha inkota yo kumara abantu? Hari umuhamagaro mushasha wo kwica abantu usigaye utangwa n’Imana ? ». Ivyo nivyo bibazo tugiye guca hirya no hino murukurikirane rw’ijambo ry’intangamarara mwateguriwe n’uwashinze ikinyamakuru Itara Burundi, Jérôme Kazabukeye Ubuhamuzi canke ubuvugishwa ni kimwe mu bintu abarundi bahaye ikibanza cane
cane kuva mu mpera z’umwaka wa 2014, buca haba intambara yadutse muri 2015 ivuye
Ku kwitoza kwa Petero Nkurunziza ngo atware ikiringo ca gatatu kitari cemewe n’ibwirizwa
nshingiro rya 2005, aho haja ahabona ubuhanuzi bw’uwitwa Damascène Gakwaya. Mur’ino misi y’igice ca kabiri
c’umwaka wa 2019 hagezweho abiyita aba tewokrate nka bose bakavuga ku « nkota
y’Uhoraho » izohitana abarundi isinzi.  Kw’igenekerezo rya 28/7/2018 niho nandika ku mbunga ngurukana bumenyi iciyumviro canje cari gifise umutwe uvuga uti : « Abantu mukurikiranire hafi ivy’intambara ivugwa na Jean Bosco Barakamfitiye ». Murimperutse kuronka ubuhanuzi bw’uwo Jean Bosco Barakamfitiye agenda aravuga ko abadandaza badatanga amakori, abadandaza bibisha iminzane, abadandaza bashira amabuye mu biharage ngo bipime ibiro vyinshi, acamanza baka ibiturire, abigisha basambanya abanyeshure n’ibindi ko bagiye guhura n’inkota y’Imana.  Hari inyuma y’imisi itatu hasohotse ku mbunga ngurukanabumenyi ubutumwa bw’uwiyita Muyihimundu Yosuwa buvugako inyuma y’imisi cumi y’amasengesho yo kwisonzesha, Imana izoba yahishuye ibitari bike ku Burundi ; iyo misi ikaba yaheze n’uyu w’Imana igenekerezo rya 4/8/2019. Uwo yiyita Muyihimundu Yosuwa yaciye yandika ibitari bike kuri jewe abihaye umutwe uvuga ngo : “Ubutumwa bwo guhumuriza abarundi na cane cane abo Kazabukeye Jérôme yita abatutsi“.  vyongera kuvyo yari yahaye abamusoma. Narashoboye kuvugana na Jean Bosco Barakamfitiye yahoze ari umugwanyi wa
CNDDFDD, munyuma akaba umupolisi wo muri rwego rw’ibisongerezi atari uwo
mugwego rwohejuru nkuko nari nabironse kuwampaye amakuru yiwe ubwambere ; Mumwanya utari munsi y’isaha turiko tuvugana kuri whatsapp kw’igenekerezo
rya 30/7/2019, Jean Bosco Barakamfitiye ntiyigeze yemerako agikorana n’umugambwe
CNDDFDD uri ku butegetsi, avugako bahagurutse ari abavugishwa batari bake
bavuga ivy’imburi batumwe n’Imana. Yamenyesheje ko Imana yamubaze ivy’amacakubiri
y’amoko n’ikimenyamenya ko yarongoye umututsikazi wo mw’ikambi y’abateshejejwe izabo
y’i Bugendana mu ntara ya Gitega, ikomine avukamwo naho yari umuhutu yagendeye
mu vy’ubwoko cane igihe kirekire ndetse agakirizwa akigwanira CNDDFDD mw’ishamba
nkuko yabinyibwiriye.  Jean Bosco Barakamfitiye akaba yaranapfunzwe umwanya utari muto azira kurya
ibiturire imbere yuko ava mu gipolisi akaba yasubiriye gupfungwa azira ubwo
butumwa angenda aravuga kw’ « Inkota y’Uhoraho igiye kuza mu Burundi »
n’uko hagiye kuza intwaro ya Tewokrasi, akemera ko hagiye kuba Isirayeri ya
Kabiri nk’uko uwo yiyita Yosuwa Muyihimpundu ashikiriza naho akavugako bidasa
neza nk’uko nawe yabihawe.  Abavuga ivya tewokrasi ni
benshi Nari mperutse kuvugana  na Kayange
Patrice asanzwe afise ishirahamwe ridaharanira ivyicaro vya politike rivuga
ivya Tewokrasi ; CNTBU, ryemewe ry’umushikiranganji bw’intwaro yo hagati
mu gihugu ku N° 530/426 ryo kuwa 20/4/2011 , uwo nawe yarambwiyeko abandi bose
biyitirira Tewokrasi atabo azi ariko yumva uwitwa Muyihimpundu Yosuwa ariko ko
baje bokorana bakabishira kumurongo nawe nyene akiyamiriza abavugako yoba
akorana na CNDDFDD. Yaba Kayange Patrice avugako iryo shirahamwe arongoye ryigisha ivyo
gushiraho intwaro ya Tewokrasi yaba na Jean Bosco Barakampfitiye, ntanumwe
yambwiye nimba uwuzotwara igihugu azoba yitwa Perezida, umwami canke ukundi,
ngo tuzobimenya hageze.  Muriyo ntwaro
iterekwa ivya demokrasi Kayange Partice ndamubajije igituma basaba kwemererwa
mubushikiranganji bw’intwaro ya demokrasi, yanyishuyeko bobo badatashaka gukuraho
demokrasi ku nguvu ariko bazokwigisha abanyagihugu akaba aribo babona
ikibereye. Akavugako kugeza muri 2022 bashobora kuzoba bahejeje kwigisha.  Mubashinze iryo shirahamwe CNTBU hakaba harimwo Médar Muhiza, imbonerakure
ikomeye ikora mubiro vy’umugambwe CNDDFDD, Keffa Nibizi atwara umugambwe
FRODEBU NYAKURI n’abandi batari bake bahejeje kaminuza.  Munyuma rarashoboye kuvugana n’uwuhora avuga ubutumwa burungikwa ku mbuga
ngurukanabumenyi avugako akorana na Muyihimpundu Yosuwa naho uwari yampaye
numero za Whatsapp twavuganiyeko yari yambwiyeko ariwe yitwa Muhimpundu
Lambert, uwo nawe mw’ijwi risa n’iry’umugore rihora rica muri whatsapp akaba
yaranse kunyidondora , akiyamiriza  « ibizira vya demokrasi » avugako
« tewokrasi igwanya demokrasi, demokrasi nayo ikagwanya tewokrasi». Naramubajije
ibibazo bitari bike naho ngo Imana itabemerera kuvugira mu bimenyeshamakuru ico
naco bakagihurizako n’abandi bavuga ivya tewokrasi.   Mubumvise kandi bakizera ubuhanuzi bwa Jean Bosco Barakamfitiye narashoboboye
kuvugana n’umuntu yitwa Dieudonné Nduwantare, uwo nawe akemerako yagiye
gupfuguza uwo Jean Bosco Barakamfitiye igihe yari yapfungiwe i Muyinga, ko ivyo
aganda aravuga nawene ari mubahagurutse ngo baburire abantu. Akamenyeshako
Imana itamwemerera kubicisha mubimenyeshamakuru ko bafise uko ubwo buhanuzi bushikira
abo bwagenewe ndetse ko azi neza ko no kwa Petero Nkurunziza ubwo buhanuzi
bafise  bwashitseyo.  Kw’igenekerezo rya 30 z’ukwa gatanu 2019, Audifax Ndabitoreye arongoye
Revolution haguruka, ndiko ndamusaba ko yompa ikiganiro nkamuhuza n’abavuga ivya
tewokrasi nka Muyihimpundu Yosuwa na Patrice Kayange, ivyo bose bahavuye banka,
yanyishuye ati : « Jerome we ihinduka ryaratanguye kandi ririko
rirabandanya ntakindi dufise twovuga kuko vyose biriko birakoreka ku
mugaragaro. » yongerako ati : « Umbabarire cane muri kino gihe
ntaco turekuriwe kuvuga. Ni hagera nzobikumenyesha. »  Havuga iki mu bundi
buvugishwa ? Nk’umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru Itara Burundi nkaba narakurukiranye ivy’abavugishwa
bagiye baravuga hamwe n’abavuga amajambo y’Imana bayahuza na Politike y’Uburundi,
ndibukako umunsi uwo Gakwaya Damascène nababwiye yirukanwa mu Burundi, ko nari
mubamenyeshamakuru twagiye kumubaza ibibazo aho yari mubuyobozi bukuru bw’igipolisi
mu Ngagara.  Ico gihe yavuga ko Imana yamubwiyeko  mu Burundi abapolisi bakurubakuru aribo bagiye
gukwegera igihugu mu ntambara, atubwirako hagiye kuza inkota y’Uhoraho, ko
Adolphe Nshimirimana agiye kwica Petero Nkurunziza, ko muri Kaminuza y’uburundi
ariho hazokwadukira intambara, ko amakaritiye ya Musaga, Nyakabiga,..hazoba
ubwicanyi buteye ubwoba ndetseko inyuma yiyo ntambara hazoca haba amahoro mu
Burundi, ubwo buhanuzi bukaba buri kumbuga zitari nke zo kuri Youtube.  Naragerageje kurondera isano ryoba riri hagati y’abo bavugishwa n’ibihe vya
politike  biri mu Burundi, mvugana nabo
nababwiye n’abandi bakirisu mu nyuma niko kuronka amakuru avugako hari n’intumwa
za Petero Nkurunziza zoba zararungitswe mu bihugu bitandukanye zitwaje ivyo
gusenga kugira zigondoze abarundi bahunze kugira batahuke vuba.  Bikavugwako ivyo vyanse hoba hari n’ayandi mayeri ariko arategurwa kugira
impunzi zirukanwe ku nguvu mu bihugu zahungiyemwo, abo bavugishwa bakaba bafise
akazi ko kuzovugishwa kugira imitima yabahunze ibone kworoha kugondozwa.  Mu bice bikurikira nzobabwira n’ibindi twavuganye nabo nadondaguye n’abandi
ndiko ndarondera ndetse nabazobandanya batanga ivyo bazi kuri ano makuru kugira
tumenye neza ukuri kwose.

Abepiskopi Gatolika b’i #Burundi basohoye itangazo bavugamwo ko hari urudandazwa rw’abana b’abigeme bongera bamenyesha ko bahagaritswe umutima n’itotezwa rikorerwa impunzi z’abarundi ziri mu gihugu ca Tanzaniya.
Muri iryo tangazo  risozera inama y’Abepiskopi Gatolika b’i Burundi yo muri Ruheshi 2019  yabereye i Gitega kuva kw’igenekerezo rya 4 gushika kurya 7 ruhenshi 2019 rigizwe n’impapuro zitatu, Abepiskopi Gatolika barerekana amabi akorwa mu burundi atacamira.   « Abo Bepiskopi barahagaritswe umutima n’ukwumva ko ingwara ya malaria yasubiye kuba ndanse mu mihingo myinshi y’igihugu ; barababazwa kandi n’ukwumva ko, ahatari hake, hariho n’ayandi mabi aguma yibonekeza : nk’ubusuma butandukanye, burimwo mbere n’ubugirwa n’abitwaje ivyuma bicira umuriro, buheza bugahitana ubuzima bw’abantu ; nk’abantu bashingiye ku gutwarana uburozi ; be n’urudandazwa rw’abigeme ruvugwa mu turere tumwetumwe tw’igihugu. » nk’uko tubisanga mur’iryo tangazo.    Abepiscopi bamenyeshako bababajwe no kuba hariho ukutihanganiranira kwatanguye kwibonekeza hamwehamwe mu banyamigambwe, bivuye ku guhababuka kujanye n’ihangiro ry’amatora yo mu 2020. Bamwe bagashamirana, mbere n’ukwicana bakicana. Abepiskopi barahagaritswe umutima kandi n’uruhagarara bumva ruri mu makambi y’impunzi z’Abarundi mu gihugu ca Tanzaniya. Abepiskopi barangije iryo tangazo bavugako bamenyeshejwe aho ababishinzwe bagejeje urwubako rw’ikigo c’ukuremesha ingendo y’amahoro n’ugusubiza hamwe « CINOPR », baramenyeshwa n’ibigikenewe kugira ngo urwo rwubako ruhere. Bamaze kurimbura ivy’ubutunzi bw’ikigo GEMECA, baracishijemwo n’ivyerekeye ibikenewe kugira ngo hatangure ishirwa mu ngiro ry’umugambi wo gusaba ko abahisi Patiri Mikaeli Kayoya, abaseminari 40 b’i Buta hamwe n’abamisiyonari b’Abasaveriyano biciwe i Buyengero bashirwa ku rutonde rw’aberanda. Soma iryo tangazo ry’Abepiskopi Gatolika ryose hano canke kurubunga ngurukana bumenyi rwa CECAB
#Burundi: Reta ishaka kwigarurira amashengero no kuyatwara amafaranga kugira izoyakoreshe mu matora ya 2020.
Abarongoye ishengero ry’aba adventiste bo ku musi w’indwi kw’isi yose bafise icicaro muri reta zunze ubumwe za amerika, bamaze kwumva inyifato y’umupasitori yitwa Joseph Ndikubwayo yariserukira mu Burundi,  ko ashaka kuryinjiza muri politike, baciye bamubogoza mu mabanga yo guserukira iryo shengero imbere y’amategeko mu Burundi ariko reta iranana.  Mu vyemezo bashira imbere nk’uko isoko yacu mu begereye iryo shengero ribitumenyesha, vyari bimaze kugaragarako ishengero risigaye ryitabira ibikorwa vy’umugambwe uri ku butegetsi aho uwo Joseph yanashatse gucanishamwo abakirisu abasaba ko abashigikiye ibikorwa vya reta bokwivangura n’abatabishigikiye nabo bakabibonamwo gushaka kubakwegera. Bitayeko uwo mu pasitori Joseph yategetse urwaruka rw’iryo shengero kugira defire ku musi mukuru wo guhimbaza ukwikukira kw’uburundi wabaye kw’igenekerezo ya 01 juillet 2018,  ivyababaje uburongozi bw’iryo nshengero kw’isi yose busanzwe aribwo butanga intumbero y’ibikorwa vy’ishengero nawe akaba yabikoze atarinze gusaba uruhusha. Kuva kw’igenekerezo rya 06.11.2018 aho Pasitori Joseph Ndikubwayo yabogozwa agasubirizwa na Pasteur Lameck Barishinga gushika ubu ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ntibwigeze bwemerako haba ibisikanya hagati y’uwo mushasha n’uwahahora. Umushikiranganje Pascal Barandagiye akaba yaranakuriye inkoni ku gugishitsi abapasitori 116 bituye umuhuza w’abarundi, Edouard Nduwimana avugako bariko bata umwanya, ko atamuti bazotora ku muhuza w’abarundi barenganye ubushikiranganji arongoye. Gushika kw’igenekerezo rya 10.5.2019, isoko ry’amakuru yacu ritumenyeshako hari hamaze gutabwa muri yompi abapasitoori 24 bo muri iryo shengero harimwo Pasitori Lameck Barishinga , bagasabwa kwemera uburongozi bwa Joseph, asanzwe ari umwana w’uwigeze gurongora iryo nshengero babone kurekurwa, ariko nabo gushika ubu bakaba barahakanyeko batarota bahemukira Imana n’uburongozi bw’ishengero kwisi yose. Reta y’u Burundi bikavugwa ko yashoboye kwiyegereza abapasitori 8 bashigikira Joseph muri 142 bagize iryo nshengero kandiko yipfuzako amafaranga ari kuri konte y’ishengero iri muri #BCB yababa imiriyaridi zitatu z’amafaranga y’amarundi(3000000000FBU) yokugwamwo ayo guterera amatora ya 2020. Abakirisu bakaba batiteguriye kwemera guhindura urutonde rw’iryo ishengero rimaze imyaka mirongo itatu n’itanu rikorera mu Burundi kubera inyungu z’umugambwe uri ku butegetsi nk’uko isoko y’amakuru yacu ibandanya ibidushikiriza. Tubamenyesheko ibikorwa vy’iryo shengero vyinshi bishobora guhagarara atagikozwe bivuye kurizo mpari zatumye ibanki BCB ibangira kwemera gusohora amafaranga yiryo shengero asinyiwe n’umuntu yakuwe kugutinyako yogwa mu mutego ikazosanga iriko irayariha. Umugambwe uri ku butegetsi umaze igihe utungwa urutoke mu kwivanga no mu gucanishamwo abarongoye amashengero ngo ube ariwo utunganya ibikorane mpuzamashengero bitawugoye, ndetse ukaba uriko urubaka n’ingoro yabigenewe i #Gitega yiswe #igicaniro;Aha tugatanga uburorero bukurikira:Ishengero rya pentecote ry’ i Nyanza Lac ryahawe ku nguvu umupasitori Jonathan Kidebuye;Amakete yanditswe n’abakirisu b’ishengero rya Pentecote ryo ku Ntahangwa yiyamiriza uburongozi bwaryo, ejo bundi hagaterwa grenade mu rugo rw’uwurirongoye ariko kakaba akamizwe n’ingoma;  Itaganzo ry’inama nkuru y’abungere b’ekleziya katorika mu Burundi ribuza  gutanga amajambo yahora ahabwa abategetsi b’igihugu mu masengero; ingorane zahitiye muba islamu ndetse n’inama iheruka kubera i Gitega mu kwezi guheze isaba amashengero yose guterera amatora ya 2020 hatarenze mukwezi kwa gatandatu 2019 n’ibindi tutadondaguye.

Agateka k’abakirisu kariko karahonyangwa n’umugambwe CNDD-FDD mu Burundi, #SOSChrétiens
Abarongoye umugambwe CNDDFDD usanzwe utwara uburundi bamaze igihe bagomba kwihindura intumwa zidasanzwe z’imana mukwizera gushasha. Kuva mumwaka wa 2017 aho habereye igikorane c’imisi itatu mu ntara ya Gitega, Petero Nkurunziza agasomwa muri bibiliya itarasohoka ngo imenyekane izina ryayo, hakongera hagashingwa ikibuye gipima itoni zitatu ngo kizobe icabona nk’uko Nkurunziza nyene yavyivugiye, akanasaba ko abagumyabanga bose bari batonze aho hantu botahana amabuye nk’icibutso c’uwo musi, umugambwe CNDDFDD waciye utangura gufata intumbero nshasha yo kwiyitiranya n’idini. Harashinzwe umusi wa kane mundwi ngo ube uw’masengesho yo kwisonzesha, aha rero ibibazo bikaba ari vyinshi kubarundi benshi uko akazi ka reta koba gakorwa uwo musi, tuziko hari abagumyabanga benshi bafise ubuzi bwinguvu butokorwa n’uwutafunguye ndetse hakaba hari n’abagwaye ingwara zituma umuntu atisonzesha ariko itegeko rikaba ryavuye hejuru ryo kwisonzesha atanumwe rikuramwo. Ikindi cabonetse ni ijambo « Aberanda » ryakoreshejwe n’umwe mubatware batowe mugihe c’imbere y’imyiyamamazo y’amatora yo guhindura ibwirizwa nshingiro ya 17/5/ 2018, aho yise abagumyabanga ko ari aberanda, abataribo nabo bakitwa abagizi ba nabi, ibipinga n’ibindi, muri make abapagani Ejo bundi reta ikoranye yeguriye itongo riri i Gitega ndetse ririmwo n’inyubakwa za reta  uwo mugambwe CNDDFDD ngo wukwubakemwo inyubakwa z’amanama, imisi mikuru hamwe n’izo gusengeramwo, bikumvikana neza ko CNDDFDD isigaye ari idini. S’ivyo gusa Evariste Ndayishimiye arongoye uwo mugambwe aheruka gushiraho umugwi ahanini ugizwe n’ibihangange munzego z’igihungu no mumugambwe ngo bazorongore igikorwa c’amasengesho, aha ibibazo bikaba ari umurengera : Umugambwe uri kubutegetsi woba urekuriwe n’amategeko gukora nk’idini ? Umugambwe CNDD-FDD wobaye idini hoho ntiwokukira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mugihugu n’inyigisho zogukundisha igihugu aho ayandi madini n’imigambwe bitwarirwa ? Umugambwe CNDDFDD woba ufise amategeko arengeye ibwirizwa nshingiro kuburyo ufata ingingo zerekeye ukwemera kw’abarundi bisanzwe bizwi ko bifise abavyihebeye ? Ni igiki coba cinyegeje inyuma yo gufatira ingingo zijanye n’amasengesho mu mugambwe ? Mbe hoho akakirisu basanzwe bari mumadini atandukanye nka Katorika, anglikane, Pentekote, EZEBU, FECABU, Adventiste n’ayandi basanzwe bari muri CNDDFDD, bazoyoborwa mumasengesho n’umugambwe ivy’amadini bavyihoze canke bazogarariza amadini nivyashika ukwemera gushasha ntiguhuze n’ukwari kuhasanzwe ? Mbe ko petero Nkurunziza yama agabisha abatamwemera ngo bazohura n’imana, iyo mana n’iyahe ? Uwundi yariko aritangaza kumwe bahora bavuga ngo « Mana yanje ! » we ati « Mana y’i Ngozi ! » ariko abandi bonibaza icoba cimirije kuba mumadini aho abakirisu bazoza gutegeka abapatiri canke abapasitori ukuntu basenga n’akarimbi batorenga. Tubibutseko umugambwe CNDDFDD wahaye Petero Nkurunziza ikibanza c’imboneza yamaho y’abagumyabanga mugihe yavuzeko Imbonerakure yambere ari Imana mushobora vyose bizwiko ariwe atwara imbonerakure  Uko biri kose agateka k’abakirisu kariko karahonyangwa amakungu arorera

Burundi : “Ukunganisha imishahara: ururimbo rwa politike” vyarahagaze.
Kuva mumwaka wa 2012 agisha n’abandi bakozi ba reta bari biteze inganishwa ry’imishahara ariko reta ya CNDDFDD igire imare ibiringo bitatu izi ubwo busumbasumbane bw’imishahara ataco ibikozeko.  Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, ikigega ca reta coba gihobahoba kuburyo umushikiranganji ajejwe ubutunzi n’iterambere yoba arimuguta ngo yomoke bivanye n’ibimusaba amafaranga atayahari. Ukunganisha imishahara kubakozi bose ba reta bivugwako bidashoboka mur’uyu mwaka nkako inama nshikiranganji yoba isigaje gukorana rimwe gusa muriki kiringo c’imyaka itanu imaze.  Reta ya CNDDFDD arinayo yari yemeye kunganisha imishahara mumwaka wa 2012, aho yarigeze mukiringo kigira kabiri itwara, no mukiringo ca gatatu ntiyasiba kuremesha abakozi ko umugambi wo kuganisha imishahara ubandanya gushika naho abakozi basigara babibona nk'”ururirimbo rwa politike”.  “Ico reta yakoze yaduhendesheje ico yise ajustement salarial hanyuma idutwara anales, ubu umwaka uheze ntaturusho tukironka.”  Abigisha batandukanye bavuganye n’ikinyamakuru Itara Burundi bamenyeshako atavyo bigeze babona reta ishira mungiro ivyo yari yabemereye ko narirya hatayemwo ivy’amatora n’ikiza ca COVID19 atariho boca bavyizera, bakavugako bamaze kwumva inyishu yo kubaryosharyosha ivugako imishahara izonganishwa mumwaka w’ubutunzi wa 2020-2021.  Twobamenyeshako abigisha bidogera amasendika yabo ko yagabanije inguvu zo kubavugira inyuma yo kuja murunani COSSESSONA rurongowe n’umutegetsi wo mubushikiranganji bakukira, aho inguvu nyinshi zaciye zishirwa mugutoza intererano kurusha guharanira inyungu z’abigisha.
#Burundi : Abanyeshure bo kuri ECOFO Gaharo 2 mu Bukeye biga bicaye hasi, abigisha babiri baraye mugasho.
Inyuma yaho hibonekeje amafoto y’abanyeshure bo kw’ishure ritoya(ECOFO) rya Gaharo ya kabiri muri komine Bukeye intara ya Muramvya biga bicaye basi, abigisha babiri bahagaritswe bajanwa mugasho kur’uyu wa kane igenekerezo rya 30/01/2020.  Bikavugwako kuriryo shure, mumwaka wa wambere hafotowe higa abanyeshure mirongo irindw(70) bicara kuntebe zitanu gusa.  Ishirahamwe ridaharanira ivyicaro vya politike FORSC rikaba ritatevye kwiyamiriza iryo pfungwa ry’abo bigisha Emmanuella na Hugano aho rivugako icihutirwa kwari ugushira ibikoresho bokwiye mu mashure.  Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE nawe akaba yanditse k’urubuga rwa facebook rwiwe avuga ati: Ishure ritoya rya Gaharo (Ecofo Gaharo II), riri muri komine Bukeye, intara ya Muramvya. Bamwe mu banyeshure baho biga bicaye hasi kubera kubura intebe. Nawenu, ya mboneza y’ikirenga muvyo gukunda igihugu, ntazemera ko bamuha umuliyaridi hariho abana baciga bicaye hasi… Tubamenyesheko kumwaka uheze nabone hari amafoto y’abanyeshure bo mu Cibitoke n’i Bujumbura mu Gihosha biga bicaye basi yabonetse kumbuga ngurukanabumenyi bikaba bishoboka ko n’ahandi hoba hakiriho.
Burundi : Campus Buhumuza, igisata ca Kaminuza y’uburundi mu Cankuzo.
Inyuma y’imyaka ine intara ya Cankuzo itegura inyubakwa zo kwakira igisata ca kaminuza, kw’igenekerezo rya 10 ruhuhuma 2020 Campus Buhumuza izokwugurura imiryango.  Abanyagihugu bo muntara ya Cankuzo bakiranye akanyamuneza ingingo ya kaminuza y’uburundi yo kwugurura igisata cayo mur’iyo ntara. Hakaba hari haheze imyaka ine, iyo ntara yaharugwa muntara zidateye imbere mu Burundi yitegurira iyo kaminuza. Ikaba igiye kuba igisata c’intwaro no gupima amatongo, igisata gishasha kitahoraho muri kaminuza y’uburundi.  Ico gisata kikaba kije ciyongera kubindi bisata bibiri kaminuza y’uburundi yuguruye bishasha mur’uyu mwaka w’ishure wa 2019-2020 ugiye gutangura arivyo: Imibano no kumenya umuntu(Socio-Antropologie) hamwe n’igita co kumenyesh’amakuru(Journalisme/Communication) yashize muyandi ma campus.  Tubamenyesheko Cankuzo ari intara iri mubiseruko bw’uburundi, intara irimwo ibibanza bikuru bikuru vy’iratiro bitari bike nka Paruwase yambere ya katorika yubatswe mu Burundi i Muyaga, Ishamba cimeza rya Ruvubu riri i Kigamba, amashuha y’imishiha hamwe n’inzu zabamwo abazungu aho bita kw’ijiti.

#Burundi: “Abakuru b’amasendika abiri y’abigisha bapfungishijwe n’urunani rutemewe n’amategeko.”
Inyuma yo gupfungisha abigisha Antoine Manuma na Gérard Niyongabo barongoye amasendika SYGEPEBU na SEPEDUC kundwi iheze n’inyuma yaho umugwi ujejwe agateka kazina muntu CNIDH uvyinjiyemwo, Victor Ndabaniwe arongoye urunani rw’amasendika COSSESONA yaciye akoranya inama yihuta yo kwinjiza abanywanyi biciye mumategeko.  Kuma genekerezo ya 08/01/2020 na 09/1/2020 niho Antoine Manuma na Gérard Niyongabo bafatwa bagatwarwa n’iperereza aho gushika ubu bapfunzwe bazirako amasendika barongoye yanseko abigisha bakatwa kunguvu amafaranga amajana atanu(500FBu) asabwa n’urunani rw’ayandi masendika 6 rwitwa COSSESONA rurongowe n’umuhanuzi mubushikiranganji bw’indero, Victor Ndabaniwe.  Ku musi wa gatanu igenekerezo rya 10/01/2020, umugwi wigenga ujejwe agateka kazina muntu waciye ukoresha ikiganiro kubamenyeshamakuru aho wamenyeshejeko wari waronse ibirego vy’abarongoye amasendika bivugako abigisha bariko binjizwa ku nguvu muri COSSESONA, kandi amategeko yaba ay’uburundi canke mpuzamakungu avugako umukozi afise uburenganzira bwo kugira sendika canke kwinjira muyo yiyumvamwo atagahato. CNIDH, yamenyeshejeko ishinze umugwi w’abantu batanu5(abakomiseri 3 n’abakozi bakurubakuru bayo 2) ugiye gutohoza uko COSSESONA yinjije abanywanyi ndetse unatorere inyishu ikibazo urwo runani rufitaniye nayo masendika mu kiringo c’iminsi indwi.  Bukeye kuwagatandatu igenekerezero rya 11/01/2020, abarongoye COSSESSONA baciye bakoranya abaruserukira igihugu cose mu ntara ya Gitega, inyuma y’inama bamenyeshako amafishe yo kwiyandikisha mururwo runani yashitse muntara zose aho abanywanyi barwo bakubitirwa kwiyandikisha vyihuta.  Mugihe ubushikiranganji bwo gufatana munda ari agacerere mugihe COSSESONA yo yavugako ayo mafaranga amajana atanu arayo gufasha abamerewe nabi, ababona ibintu n’ibindi bakabonako iyo dosiye ya COSSESONA naho abarongoye inzego bamera nk’abavyirengagiza ishobora gukwega urwanko hagati y’abigisha n’umugambwe CNDDFDD mugihe hoguma hakoreshwa iterabwoba, uwurenganijwe akaba ariwe apfungwa, uwuriko akorera inyuma y’amategeko akaba ariwe yidegemvya.  “Abo bakuru b’amasendika abiri y’abigisha bapfungishijwe n’urunani rutemewe n’amategeko.” Tubamenyesheko abo bakuru b’amasendika SYGEPEBU na SEPEDUC bivugwako bapfungishijwe n’urunani COSSESONA kubera basavye abigisha gusinya urwandiko rwiyamiriza ko abigisha bose bakatwa kunguvu amafaranga amajana atanu(500FBu) kukwezi kukwezi bamenyeshako ayo mafaranga azoja mumifuko y’abantu.
Burundi : Birihuta: Antoine Manuma arongoye syndicat SYGEPEBU araye mw’iperereza.
Inyuma y’imisi itatu Victor Ndabaniwe, umuhanuzi mu bushikiranganji bw’indero, akaba atwara ikigega FLE, kijejwe gutegekaniriza uburaro abigisha akongera akaba arongoye urunani rudasanzwe rw’amasendika y’abigisha COSSESONA asavye reta ko abari mumasendika atari muri urwo runani arongoye bofatwa nk’abansi b’igihugu, Antoine Manuma atwara SYGEPEBU, imwe mur’izo araye muminwe y’iperereza.  Mugihe ikigega kigejejwe gutegekaniriza uburaro abigisha kimaze imisi camamaza ku maradiyo no kumbuga ngurukana bumenyi uburusho categuriye abigisha, gica kibivanga n’ivy’urwo runani rw’amasendika COSSESSONA, aho abigisha benshi bumvako baca bajuragirika mu kwitiranya FLE na COSSESSONA narirya birongowe n’umuntu umwe bigatuma batinya gusinya urupapuro twaheruka kubabwira ko bidogako bariko barusinyishwa kugahato.  Kw’igenekerezo rya 05/01/2020, Victor Ndabaniwe kw’izina rya COSSESSONA hamwe na Emmanjel Mashandari icegera ciwe  barasohoye urwandiko rwo kwiyamirira ama sendika SYGEPEBU na SEPEDUC, aho bayagirizako abayagize bashaka guhungabanya umutekano w’igihugu, “Igihe c’amasendika yo hugindura ibintu cararenganye, ntabigisha botera umugumuko tutabahaye uruhusha” bimwe muvyo bandiyse.  Inyuma y’imisi itatu, iperereza ryaciye ritangura gufata indongozi z’ayo ma sendika zihereye kuri Antoine Manuma yararongoye sendika SYGEPEBU mugihugu cose aho ryamusanze hafi y’umuhana iwe mu ntara ya Rutana ku mugoroba w’uno watagatu igenekerezo rya 8/01/2020.  Amakuru dukura hirya no hino mu Burundi atumenyeshako intandaro yivyo vyose naho aro amafaranga 500F bibonekako ari make azokatwa ku nguvu umwigisha ko ashobora gutuma haba yegereyegere y’abigisha mugihugu cose naho Víctor Ndabaniwe yirirwa arasinya ngo baravyumvikanye, abigisha benshi ngo ishavu riraniga.  Tubamenyesheko ico kibazo ca COSSSESSONA n’abigisha, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza  mu ikiganiro yahaye abanyagihugu kw’igenekerezo rya 26/12/2019 yakibajijwe akishurako atawuzoterera ku nguvu amafaranga amajana atanu (F500) kukwezi gusinya kurwandiko ruriko rurazunguruka gushika mu kwakabiri 2020 ruvyiyamiriza arinaco yoba ariko arazira.
Burundi : Uwize imyaka itandatu(6ans) muri kaminuza kera anganya urupapuro rw’umutsindo n’uwiga imyaka itatu(3ans) ubu.
Gushika uno munsi hari akarigangamuhogo k’ubusumbasumbane bw’impapuro z’umutsindo zitangwa muma kaminuza y’uburundi ubu n’abize kera.  Nk’akarorero uwize imyaka ine muri kaminuza akarenzako umwaka wo kwandika igitabu(mémoire), kaminuza yayimazemwo imyaka itanu(5ans) aronka impapuro z’umutsindo zibiri( diplôme des candidatures na diplôme de licence)  akaba atumva igituma urupapuro rw’umutsindo yaronse rwonganishwa n’urw’uwize imyaka itatu gusa (3ans) muburyo bwashizweho mumwaka wa 2012 muvyo bise BMD(Baccalauréat-Master-Doctorat) kandi uyo nawe atandika igitabu(mémoire) ahubwo yandika iraporo yo kwimenyereza(Rapport des stages). ” Jewe nize imyaka itanu ya kaminuza(IPA V) nongerako umwaka wo kwandika igitabu(6ans) ariko ntakarusho ndonka kurusha uwize imyaka utatu(3ans) munyigisho z’ubu mugihe wewe arengejeko imyaka ibiri aca aronka master!”  uwo n’uwidoga.  Mugihe ikibazo nyamukuru ari ukuntu abize mu Burundi bataronka akazi vyoroshe kw’isoko ry’akazi haba mu karere canke kw’isoko mpuzamakungu, hari n’uko uwize nk’akarorero ishure ry’ubuganga (Médicaux) asanga yize ivyo mu bindi bihugu biga muri kaminuza. Mu gihe kare umunyeshure yamara umwaka w’icumi akarenzako imyaka itatu abandi ine bakabona kuja muri kaminuza(yiga imyaka 13/14) ariko ubu umwana aheza imyaka icenda(ECOLE FONDAMENTALE, ECOFO) akarenzako imyaka itatu akaba aronse urupapuro rumuha uburenganzira bwo kuja muri kaminuza(yiga imyaka 12).  Hari ababonako harimwo akarenganyo kubona reta inganisha impapuro z’imitsindo kandi abazironse batanganishije imyaka n’inguvu mu kuzironka. Hari  abatanga iciyumviro c’uko hoba inama rukokoma y’indero igaca hirya no hino ivyo bibazo kuko bishobora kuzohomvya reta umwaka abariko bararenganywa ningingo reta yafashe bazosabira kurenganurwa, bakabonako reta yiyorohereje mugushaka kworohereza namwe irenganije abandi.
Burundi : Umushikiranganji w’amagara y’abantu asaba amashure y’imyuga ko yoyahindura ibitaro.
Mw’ikete yandikiye umushikiranganji w’indero, amashure y’imyuga n’ubuhinga kw’igenekerezo rya 09/12/2019, Dr Thaddée Ndikumana asaba amashure y’i myuga yo ku Ntega mu Kirundo hamwe n’igice c’itongo caryo ngo ahahindure ibitaro ry’akarere ka Vumbi.  Iryo kete N° 630/6493/CAB/2019 umushikiranganji w’amagara y’abantu
no kugwanya SIDA amenyeshako mukuryandika yishimikiza iryanditwe na buramatari
w’intara ya Kirundo kw’igenekerezo rya 25 Munyonyo 2019 aho yasaba izo nyubakwa
hamwe n’itongo vy’amashure y’imyuga yo ku Ntega ngo hubakwe ibitaro vy’akarere
ka Vumbi.  Tubamenyeshe ko igisata c’amashure y’imyuga cugarijwe n’ubukene bw’ikoresho hirya no hino mu gihugu mu gihe amashure ya ECOFO asohora abanyeshure benshi badashobora kubandanya amashure y’isumbuye ari nabo bayakeneye cane.

Burundi : Harasubiye kuba ikena ry’amakaye mu gihe hakiri abavyeri bakirungika abana k’umashure.
Mur’ino misi haravugwa ikena
ry’amakaye ku masoko ryoba rituruka ku cuma bivugwako coba carapfuye
mw’ihinguriro #PACOBU risanzwe riyahingura . Nk’uko tubimenyeshwa n’umwe
mubahurihike mw’ishirahamwe ry’abadandaza, ngo abarangura amakaye beshi bari
bizeye agahengwe kw’ihinguriro PACABU ko yokora amakaye meshi mu gihe hari
ingorane zo kuronka amahera y’agaciro yo kurangurira hanze hivuye ku ngingo ya
Leta yo kuburagiza abidandariza ayo mafaranga ku giciro gisanzwe.  Kuri uyu musi hakenye cane amakaye
y’impapuro 100 ari nazo zironderwa cane n’abaguzi , imwe ikaba igeze
kumafaranga 1400, iy’impapuro 60 ikagurwa 1200, iy’impapuro 48 ikagurwa 900.
Abasanzwe bari bararanguye nyishi akaba aribo bariko baragurisha bonyene.  Twagerageje kurondera mu
bushikiranganji bw’ubudandaji n’amahinguriro ngo batubwire ingingo bariko
barafata ariko abo twarondera bose baratinya kugira ico babivuzeko.

Brandon Bisanzagi, agendana ubumuga ntashobora kubandanya amashure kw’isi y’u Burundi
Inyuma y’imyaka itatu Brandon Bisanzagi umwana w’umuhungu yavukanye ubumuga kw’igenekerezo rya 13/2/1999 akorewe ibitangaza n’Imana akamuguruka bukebuke, amategeko ariho ubu ntamwemerera kubandanya amashure ari kw’isi y’uburundi. Mugihe Brandon Bisanzagi yariko aritegurira gukora ikibazo co kurangiza ishure nshingiro kw’ishure source du Savoir mu Carama, mu gisagara ca Bujumbura, Janvière Ndirahisha, umushikiranganji w’indero aherutse gusaba ubuyobozi bw’iryo shure ko uwo mwana yofutwa kandi ko atazosubira kuronka ishure mu Burundi kuko atamunyeshure arekuriwe kwiga imyaka itatu ishure rimwe(Triplement).   Brandon Bisanzagi ni umusore afise ukwizera kudasanzwe, yaremeye ariga mumashure hamwe n’abakomeye naho vyari bigoraye cane kubera ubumuga yavukanye, ageze mu mwaka w’umunani kwishure indépendante aradubura ariko kubera iyo ngorane ntiyashobora kumenya, niko kurondera ishure mu Carama hafi y’iwabo aha vyoroha ko agira isubiramwo hamwe n’abandi bigana ataruhagara afise gurtyo aba yize umwaka ugira gatatu mu mwaka w’umunani hayuma abona kwunguruzwa aho ubu yarageze mu mwaka w’icenda.  Hagati aho, kw’igenekerezo rya 31/5/2019 niho yakorerwa  igitanza n’Imana arasengerwa n’abakozi b’Imana bo mw’ishengero El-Shadaï  bari baje kw’ishure iwabo, amabekiye yagirako arayashira hasi, umunezero uba ikirenga kuri we, kurunganwe, muryango, incuti n’abagenzi, nk’uko mwovyirabira kurubuga rwa facebook rw’iryo shengero mubona inzira ngaha:  http://bit.ly/2IhELWw  Ico gihe  Brandon yabona ubuzima bwiwe bugiye kuba nk’ubwabandi bose akazoshobora kwiga amashure akayarangiza akazokoresha diplome kuko ivy’inguvu yabona ko atavyo yoshobora.  Umunezero wa Brandon Bisanzagi ntiwaramvye, inyuma y’imyaka itatu gusa niko gufatirwa izo ngingo twababwiye, amarira n’agahinda akaba arivyo birangwa mu muryango wiwe ndetse no mubantu bamenye iyo nkuru y’umubabaro.  Bivugwa ko Brandon atadubura kubera ubwenge buke ahubwo ko yaragerageza umuntu agereranije n’ubumuga agendana. Aho abandi bana bakomeye barashobora kuja mu mihana canke mu mashure bakigira hamwe wewe kugira yurire mumodokari kwari ukwandaza akagenda na Bekiye ntivyakundako yirukanga nk’abandi ari nayo mpamvu yatuma ananirwa ahanini. Mugihe abavyeyi biwe ataburyo bafise bwo kumuronderera ishure mubindi bihungu, basaba abagiraneza bokwumvira impuhwe Brandon ko bomuronderera ahantu yiga akazogira ubuzima bwiza nk’abandi, kubwiwe agiye kubura kazoza kuko yopfumye yiga no gutwara imodokari ariko kubera ataragororoka umugongo, inyuma y’imyaka itatu gusa yize gutambuka, akigenda afashe kumavi afise ubwobako, ntavyo yoshora.   Abegereye Brandon bakaba babonako naho amategeko aremereye nk’amabuye hari hakwiye ingingo zorohereza zigakingira abagira ingorane zituma biga gatatu mu mwaka bitabavuyeko nk’uko bavuga mururimi rw’ikinyamazuru ngo “Pas de règles sans exceptions”.http://bit.ly/2IgvQEJ

#Burundi: Abigisha basigaye bacungwa n’imbonerakure ziri mu mashure bigisha.
Mumashure yose yo mu gihugu harashinzwe ama komite y’abanyeshure bari mu muhari w’imbonerakure zijejwe kuza ziradoma urutoke ku bigisha bagize ico bavuga kubijanye n’ubuzima bw’igihugu hamwe n’abakoresha ama terefone mw’ishure. Guhera mu gice ca mbere c’umwaka w’ishure
turimwo(2018-2019) mu mashure y’isumbuye yose yo mu Burundi, ishure ku rindi, umugambwe
uri ku butegetsi CNDD-FDD warashinze amakomite agizwe n’urwaruka rw’imbonerakure
zo mu bwoko bw’abahutu ariko hamwe hamwe hakaba havanzemwo abigeme b’abatutsikazi
basanzwe bayoboka uwo mugambwe ngo bakore ico gikorwa.  Abo banyeshure bajwejwe gucungera
umwigisha ku majambo ajanye n’ubuzima bw’igihugu(bakavyita gurtyoza igihugu) yovugira
mw’ishure canke uwukoresha terefone ariko arigisha bagaheza bagatanga raporo mu
mugambwe uri k’ubutegetsi.  Mw’ishingwa ryayo makomite abigisha,
abayobozi canke abagenduzi bo mu gisata c’indero bakaba batagishijwe inama nk’uko
ayo makuru twaronse abimenyesha kandi nabone bari mubacungishijwe ijisho kiretse
bake muribo bizigiwe cane mu mugambwe.  Umuyobozi w’indero yaba uwa komine cane uw’intara
arashobora kuza yumva abajijwe ivyerekeye ibibera kw’ishure kanaka atamakuru
abifiseko kandi atazi uko amakuru yashitse mu mugambwe.  Abigisha bakaba bafise ubwobako abahora
banyuruzwa canke batotezwa bashobora kuba ari abadodoberezwa n’izo mbonerakure kandi
ko binashobora kuba bifise ivyihishije inyuma narirya ayo makomite yiganziwe n’ubwoko
bumwe kandi bo mu mugambwe wahoze ari umuhari wo mw’ishamba.   Bamenyeshako
hari ivyigwa bimwe bimwe bisaba ko umuntu ariko arigisha ategerezwa gutanga
uburorero bw’ibiba mu buzima busanzwe kandi ko nko mu mashure batagira za kazinduzi,
umwigisha yahora ashobora kwikora k’urubuga rwa google akaraba insiguro y’ijambo
abajijwe n’umunyeshure. Tubamenyesheko uwo mugambi atari uwo mugisata
c’indero gusa kuko nko mu kiganiro umukuru w’igihugu yatanze ku banyagihugu ari
i Ngozi kw’igenekerezo rya 28 kigarama 2018 hari uwasavye ko abakozi ba reta bakoresha
amaterefone umwanya w’akazi bokurikiranirwa hafi. Biruvikanako bimaze kuja mu
ngiro kandi n’ugushaka kuzovyitirira reta nk’uko bavyiyumviriye abari bazi ko uwo
mugambi watanguye.  Hambavu y’ivyo  Réveriyano Ndikuriyo, umukuru w’inama nkenguzamateka
y’uburundi yaheruka kuvugako bakwiye kuduza ama tagisi ku bakoresha imbuga
ngurukanabumenyi : « Ntitwokwemerako igihugu gisha kubera watsapu »
akaba ariyo mujabo yakoresheje.

Pascal Barandagiye aritezwe muri Kenya kuri uyu wambere aho azogirisha inama impunzi z’abarundi
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu no gukundisha igihugu, Pascal Barandagiye, aritezwe mw’ikambi y’impunzi z’abarundi iri Kakuma 4 mugihugu ca Kenya kuri uyu wambere igenekerezo rya 20/01/2020 aho azogirisha inama impunzi z’abarundi.  Amakuru dukura muri Kenya avugako impunzi zahahungiye zimaze imisi zibona ibimenyetso nk’ivyo zumva mumakambi y’impunzi z’abarundi ziri  muri Tanzaniya, aho umutekano wazo udurumbanywa n’abantu bataramenyekana kandiko hamaze imisi haza abapasitori bava mu Burundi boba bikekwako baja gutanga inyigisho mu mpunzi ko zotahuka, bamwe mbere bakaba bahora basubizwa inyuma batinjiye mu makamba iyo abaharanira agateka ka zina muntu begereye ayo makambi babimenye kare bakabimenyesha abajejwe umutekano.  Mu misi iheze hoho hakaba harahatswe kwaduka ugucanamwo hagati y’impunzi  z’abarundi bahunze mumwaka wa 1972 n’iz’abahunze muri 2015 ariko Imana ikaba yarakinze, hakaba hari hamaze imisi kandi n’ibihuha vyinshi ko abasudani yepfo bazohava batera amakambi y’impunzi kur’uhande rumwe, k’urundi narwo hakaba ukwinuba uwuserukira impunzi w’umurundi ko yoba acuditse n’ubutegetsi bwa CNDDFDD bw’i Gitega.  Tubamenyesheko uwo mushikiranganji Pascal Barandagiye yari yaragiraniye amasezerano na mugenziwe wo mu gihugu ca Tanzaniya yo gutahukana impunzi z’abarundi zitari munsi ya 2000 kundwi kundwi kuva kw’igenekerezo rya 01/10/2019 ariko bikankako impunzi zemera gutaha zose.  Ico gihe ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’impunzi HCR ryaciye rimeneshako ibisabwa ngo impunzi  z’abarundi zitahuke bitarakwira kubera umutekano muke zahunze utaragaruka, ivyaguma y’akamo katewe  n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yo mu Burundi na mpuzamakungu.
Burundi : Umushikiranganji w’ubutungane yaratanze inyubakwa za Maison Shalom
Inyubakwa imaze kumenyekana ico izokoreshwa munyubakwa z’ikigo Maison Shalom ni  iyahora ikoreramwo BCB yo mu Ruyigi igiye gukoreramwo umushikirizamanza wa republika muntara ya Ruyigi.  Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, kumusi wejo igenekerezo rya 15 nzero 2020, inyubakwa y’ikigo Maison Shalom yahora ipanzwe n’ibanki BCB yo ngaho mu Ruyigi yiriwe irasukurwa, bikavugwako igiye kuba iburo vy’umushikirizamanza wa republika ngaho mu Ruyigi.  Bikavugwako atarubanza ikigo Maison Shalom coba gifitaniye na Reta kiretse ko hari umutahe mpuzamakungu warungikiwe umupfasoni Marguerite Barankitse yashinze ico kigo, urubanza rukazoburanishwa mu kwezi kwa kabiri 2020 atariho ari kuko hasohotse urwandiko rw’umushikirizamanza mukuru wa republika y’uburundi ruvugako abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi 2015 nawe yarerwamwo batazwi iyo bari(assignation au domicile inconnu).  Tubamenyeshe ko atamisi yari ihaciye inzego z’ubutungane, umutekano n’intwaro zuguruye kunguvu inyubakwa za Maison Shalom zose zo ngaho mu Ruyigi, Marguerite Barankitse yashinze ikigo Maison Shalom akaba yamenyesheje ko abantu bariko basohora impfuvyi bazobibazwa niyo hagera.
Rwanda: Impunzi zahungiye mu Rwanda zaramutse zisangira umuganuro ubugira gatatu.
Wari umunezero udasanzwe mu nyubakwa z’ikigo Oasis of peace, mu gihugu c’Urwanda, aho urunani rw’urwaruka Syjebu rwaramuka rusangira n’abandi barundi bahungiye mu gihugu c’Urwanda umugirwa w’umuganuro dusanzwe tuzi kuva nakera.   Kuri uno munsi w’Imana igenekerezo rya 15 Kigarama 2019, urunani rw’urwaruka Syjebu ruhurikiyemwo umuhari mpuzamakungu w’urwaruka rw’abarundi MIJB, Kigali students, Umurwi ndangakaranga uvuza ingoma HIMBAZA, umurwi ndangakaranga Intwari,Ihunja be n’umurwi ndangakaranga Intahesha ukorera mw’ikambi y’impunzi y’i Mahama, wari wabateguriye umusi udasanzwe, aho wifatanije n’abarundi bahungiye mu gihugu c’urwanda eka nabaje bava mubindi bihugu, bagahurira hamwe bagasangira ibifungurwa kavukire harimwo umutsima w’ingano, intete zibigori n’ibiharage, umwungu, imboga zitandukanye be n’inzoga y’impeke. Nkuko vyakorwa muri uwo mugirwa mbere, hakaba hari hatowe mu rwaruka umwami n’umwamikazi kugira abe aribo batanga umwaka bakawuha abandi maze bakibuka uko umwami ico gihe yiyegereza abarundi bose ngo abahezagire maze ahezagire n’umwimbu. Ivyo bikaba vyabaye muntumbero yo kwibutsa abarundi akaranga kabo. Mwijambo umushingantahe dr Adrien Rugambarara yashikirije, yashimye kino gikorwa c’uru rwaruka, anabashigikira mu bikorwa vyokwerekana umutima w’urukundo bafitiye uburundi kandi bakanavyerekana. Anasaba abarundi bose gufatira akarorero kurwo rwaruka babandanya bafatanye munda.  Uwuserukira urwo runani rw’urwaruka, umushingantahe Eric Rirazimba yamenyesheje ko icifuzo cabo ari kugarukana akaranga kazimiye, maze urukundo n’ugusangira bikagaruka mubarundi. Kubwiwe ngo vyari kuba vyiza iyo barikuba bicaranye nabasigaye mu gihugu bakirengagiza ibibatandukanya vy’amoko n’intara maze bakibuka wa musi umwami yacarika abarundi hamwe bose bahuje umutima n’urukundo bagasangira bakigina umwimbu w’igihugu. Muvyaranze ivyo birori, harimwo umurisho w’ingoma, indirimbo n’imvyino z’ikirundi vyose bikaba vyari vyateguwe n’urwo rwaruka rw’abarundi bahungiye mu gihugu c’Urwanda. Amwe mu mashusho yaranze urwo rubanza
Rwanda: Isozerwa ry’umwaka w’ishuri wa 2019 ku bana biga muri Maternelle ya Maison Shalom
Ikigo Maison Shalom giherutse gutanga amanota asozera umwaka w’ishuri 2019 ku bana bato b’impunzi bakurikirana ivyirwa vya maternelle.  Ku musi wa gatanu igenekerezo rya 8 Munyonyo, Nkuko vyari bisanzwe bitegekanijwe ku kirangamisi c’ivyirwa mu gihugu c’Urwanda, ishirahamwe maison Shalom rikorera mu Kigo Oisis of peace ryararonkeje amanota ku bana bato 106 bari hagati y’imyaka 3 n’imyaka 5 basanzwe bakurikiranira ivyirwa vy’intango, dusanzwe twita Maternelle mu rurimi rw’igifaransa, muri ico kigo.  Muri abo bana, 35 bakaba bazokwungururizwa mu mwaka wa mbere w’amashuri y’intango azwi kwizina rya Primaire. Abavyeyi b’abana barerewe muri ico kigo bakaba banezererewe ico gikorwa ciza, bakanashimira cane ico kigo Maison shalom. Abo bana 106 biga bakanafungurirwa n’ikigo maison shalom, 48 muribo bakaba basanzwe bunguruzwa n’imodoka z’ubwoko bwa bus, zibajana kwishuri zikanabatahana ku bufasha bw’ico kigo. Maison shalom ikaba ifasha mu burezi bw’abana n’urwaruka rw’abarundi bahunze haba mu mashuri y’intango ayisumbuye na kaminuza, tutibagiye abakurikirana ivyirwa vy’imyuga, haba abari mu bisagara bitandukanye vy’igihugu c’Urwanda n’abari mw’ikambi y’impunzi ya Mahama.
Uganda: Nta mpunzi icemerewe kwugurura umuhora wo gutumatumanako hakoreshejwe terefone canke #internet, #SIM card.
#Uganda Communication Commission (UCC); urwego rujejwe kumenyesha amakuru ruherutse gufata ingingo yo guhagarika kwandika ama cartes #SIM mashasha kubakoresha ivyangombwa vy’impunzi. Aho n’inyuma yaho hibonekeje abagizi banabi bakoresha ivyangombwa vy’impunzi vya magendo bakurikiranywe bagasanga sizo.  Tubamenyesheko abari bararonse cartes #SIM atari ubwoba ntanumwe barahagarikira umuhora wiwe nk’uko amakuru dukura mu Buganda abivuga.
#Ouganda: Umunyamabanga mukuru wa #ONU arasabwa gufasha guhagarika ingingo ya #Tanzaniya yo gutahukana ku nguvu impunzi z’abarundi
Ishirahamwe rihurikiyemwo impunzi z’abarundi zahungiye mu gihugu ca Ouganda, COREBU ryarandikiye urwandiko umunyamabanga mukuru w’ ishirahamwe mpuzamakungu ONU kw’igenekerezo rya 24 nyakanga 2019 rimusaba gufasha mu guhagarika ingingo ya Leta ya Tanzaniya yo gutahukana impunzi z’abarundi kunguvu. Ishirahamwe COREBU rihuza impunzi z’abarundi bahungiye mu gihugu  c’Ubuganda ryandikiye  umunyamabanga mukuru wa ONU rimusaba  guhagarika ingingo ya Leta ya Tanzaniya yo kwirukana ku nguvu  impunzu z’abarundi.  Muri iryo kete COREBU yishimikiza amasezerano mpuzamakungu yo gukingira impunzi yateweko igikumu i Genève mu mwaka wa 1951 be n’ayateweko igikumu n’ishirahamwe vy’ubumwe bwa Afrika UA mu mwaka wa 1969, rikamenyesha ko Tanzaniya yari ikwiye gukingira bimwe bikomeye impunzi z’abarundi zahungiye mw’ico gihugu aho yishimikiza kandi ingingo ya 33 yo muri ayo masezerano y’i Genève ivuga ngo :  “Ntagihugu na kimwe muvyashize umukono kuri ayo masezerano kizokwirukana mu buryo ubwaribwo bwose impunzi ku mipaka y’igihuhu aho ubuzima n’umwidegemvyo vyiwe bizoba bigeramiwe kubera urukoba, ubwoko, ukwemera, ubwenegihugu, umugambwe canke ivyiyumviro vyiwe.”  Mwomenya ko iyo ngingo ya Tanzaniya yafashwe inyuma yo kugirana umubonano na Leta y’uburundi, bikaba bitegekanijwe ko izoshirwa  mungiro kuva kw’igenekerezo rya mbere Gitugutu 2019 atagihundutse.  Hagati aho, amashirahamwe aharanira agateka ka zinamuntu, abanyepolitike batari bake hamwe n’ibimenyeshamakuru bitandukanye bikaba bidahengeshanya gusemerera ko izo mpunzi zigira zitahukanwe ku nguvu.  Tubibutseko abarundi basanzwe baba mu gihugu c’Ububirigi ku munsi w’ejo igenekerezo rya 27 Nyakanga 2019 bagize imyiterekano yo kwiyamiriza iyo ngingo imbere y’uwuserukira Leta ya Tanzaniya mu Bubiligi i Buruseri.
#Belgique: Imyiyerekano yo kwiyamiriza ingongo ya #Tanzaniya yo gutahukana impunzi z’abarundi kunguvu.
Abarundi baba mu gihugu c’Ububirigi barahamagarira bene wabo baba mubihugu bibanyi vy’ububirigi gufatanya nabo mukwiyamiriza ingingo ya Tanzaniya yo gutahukana impunzi z’abarundi ku nguvu. Kunsi wa gatanu igenekerezo rya 27 Nyakanga 2019, isaha zitanu z’imbere ya sasita kugeza isaha indwi, abarundi basanzwe baba mu gihugu c’ububirigi bqrateguye imyiyerekano izokorwa mu ntumbero yo kwifatanya n’abarundi  bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya mu kwiyamiriza ingingo n’umugambi ugayitse vyafashwe na Leta ya Tanzaniya vyo gutahukana impunzi zose z’abarundi ku nguvu nkuko ubutumire batanze bubivuga.Iyo myiyerekano ikazobera imbere y’irembo y’ibiro  vy’uwuserukira igihugu ca Tanzaniya mu Bubirigi biherereye mugisagara c’Iburuseri ibarabara ryitiriwe Francklin Roosevelt inomero 72. Hakaba hatumiwe n’abandi barundi basanzwe baba mu micungararo bipfuza kwifatanya nabo. Muri iyo myiyerekano, abo barundi bakaba imvo nyakukuru bipfuza gusaba leta ya Tanzaniya ko yokwubahiriza amasezerano mpuzamakungu yandi yashizweho igikumu kubijanye n’ugukingira impunzi. Igihugu ca Tanzaniya kikaba cafashe ingingo yo gutahukana kunguvu impunzi z’abarundi zose ziri muri ico gihugu kuva kw’igenekerezo rya mbere Gitugutu 2019, aho akaba ari inyuma yaho abaserukiye Leta y’uburundi bagiriraniye  umubonano n’abaserukiye Leta ya Tanzaniya bakanasinyiranira amasererano yo kuzotahukana abatari munsi ya 2000 kundwi. Mwomenya kandi ko iyo ngingo yaje ikurikira amakuba n’amarushwa menshi impunzi z’abarundi bahungiye mu makambi yo mu gihugu ca Tanzaniya bahabonera. Bamwe baranyuruzwa abandi bagafatwa bagafungwa bidakurikije amategeko,aha ntitwokwibagira kubibutsa abishwe n’abahohotewe harimwo abakenyezi n’abakobwa bafashwe kunguvu .

Ishirahamwe Maison Shalom ryatanguje umugambi wotuma abarundi n’abanyarwanda barushiriza gusangira akabisi n’agahiye
Mu mugambi watererewe n’ishirahamwe ry’aba suwisi ryitwa Freinds of Humanity uzotwara imiriyoni zirenga ijana z’amafaranga y’urwanda, ni ukuvuga hafi imiriyoni amajana atatu z’amafaranga y’amarundi (300000000FBU) ishirahamwe Maison Shalom ryaratanguye kwubaka inyubakwa zizokorerwamwo ibitari bike. Maragarita Barankize arongoye ishirahamwe Maison Shalom arikumwe n’intumwa za Freinds of Humanity ry’i Jeneve mu Busuwise barashize ibuye rya mbere k’umushinge wo kwubaka inyubakwa izokwubakwa mu mezi atatu izoba imeze nk’isoko : Uburiri, ubunywero, uburaro, izu z’amanama n’idandarizo; mu karere ka Ngoma  hegereye i Mahama hafi y’ikambi y’impuzi z’abarundi kw’igenekerezo rya 6 ruhuhuma 2019. Umupfasoni Maragarita Barankitse yarateye akamo abagwizatunga ko bozana imitahe yabo muri ako karere kikaba igisagara kinywanisha. Aho yamenyeshejeko uwo mugambi uzotanga ubuzi bwinshi kubigishijwe imyuga itandukanye n’iryo shirahamwe hamwe n’abanyarwanda batari bake kandi ko kizoba ikibanza co kuruhukiramwo no kunezerwamwo.   Tubamenyesheko Maison Shalom ari ishirahamwe rifasha  mubitari bike  abarundi bahungiye mu Rwanda aha tukavuga  nko kwigisha abanyeshure b’impunzi  batari bake guhera mu mashure y’abana bato gushika za kaminuza, rifasha abatashoboye kubandanya amashure mukwiga imyuga itandukanye.  Amakuru dukura mubafashwa  n’iryo shirahamwe atumenyeshako ritarashobora gukwiza imfashanyo ku mpunzi zose kubera uburyo  bukenewe ari bwinshi cane.
#Burundi: Impunzi z’abarundi zahungiye mu #Rwanda hari izagiriwe amahirwe ziriga amashure n’imyuga harimwo n’izize ubuhinga bwo kujisha impuzu.
Mugihe ubuzima bwo mu buhungiro buba bugoye, ishirahamwe Maison Shalom rirongowe n’umupfasoni Marguerite Barankitse ryarafashije kandi rigifasha impunzi kwiga. Hari abigishwa mu mashure y’imicuko, ayisumbuye na kaminuza ariko turetse abo hari abigishwa icongereza abandi imyuga nko;•Gucapa•Kubarira•Gufotora•Guteka•Kujisha impuzuN’ibindi. ” Uwo muvyeyi aragahezagirwa n’Imana ariko arubaka uburundi bwejo umwaka impunzi twatahutse abasigaye mugihugu c’amavukiro bazobonerwaho kwiga ubwo buhinga tubonerweho kwubaka uburundi twipfuza” Ayo ni amajambo y’umwe mubaronkejwe izo nyigisho. Tubamenyesheko iryo shirahamwe risigaye ryarabaye mpuzamakungu kandi ko Marguerite Barankitse arirongoye yama yaronkejwe ubushimwe butandukanye harimwo akitiriwe Aurora ko mumwaka wa 2016 kandi ko nubu rigikeneye abagiraneza barifata mumugongo kugira rifashe impunzi nyishi. Rikaba rifasha impunzi ziri mw’ikambi y’impunzi y’i Mahama ndetse n’izo mubisagara bitandukanye vyo mu gihugu kibanyi c’u Rwanda, abanyeshure amajana bakaba bamaze guheza amashure yisumbuye muhihe n’abo ryigisha kaminuza bimirije gugeza amashure ku bwinshi.
Impunzi ni abantu nk’abandi kandi bashoboye
Mu gihe igenekerezo rya 20 ruheshi uko umwaka utashe amakungu yama ahimbaza umusi mukuru wahariwe impuzi, uwo musi wahimbajwe uburundi bufise abahungiye hanze yabwo bababa ibihumbi amajana atanu (500 000) bivuye kumagume aharangwa kuva muri ndamukiza 2015 bivuye kuri Petero Nkurunziza yiyongeye ikiringo kigira gatatu abatacemera  baroye munyiyerekano bagaca bahohoterwa n’inzego za reta bagahitamwo kuyanyaga. I Kigali mu gihugu c’urwanda ni ikibanza kimwe muvyahimbarijwemwo uwo musi mukuru mpuzamakungu, aho umugwi himbaza w’abavuzi b’ingoma bugurura ivyo birori ahitwa i Nyarutarama mugisagara ca Kigali, ahari hari abategetsi baserukira ubushikiranganji bw’ibiza n’impunzi, abaserukira ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR hamwe n’abaserukira impunzi mu gisagara ca Kigali. Abakenyezi b’impunzi zituruka muri Republika iharanira Demokrasi ya Congo nabo bari mubaryoheje ibirori bararirimvye indirimbo yashitse kumishaha abaraho bavugako kuba impunzi atari ivyo umuntu ajamwo abigomba kubera aba yabuze abiwe n’ivyiwe akaja mumahanga aho bitaba vyoroshe kuba ugereranije n’ubuzima aba yahozemwo. Mu majambo yagiye arashikirizwa n’abo banyacubahiro twababwiye bose bagiye baragaruka kubibazo impunzi zisanganywe n’aho umuti wazo ugeze, aha tukavuga nk’ivyo kuronswa uburyo bwo kwivuza, impapuro zo gufata ingendo, amashure y’abana hamwe n’amakarata ndangampunzi aho abagiye barashikiriza amajambo yaba uwaserukiye HCR canke ubushikiranganji twavuze bose bagiye barizeza impunzi ko intambwe imaze guterwa ishimishije. Impunzi zasabwe kwama zifatanye munda, zikiyumva nk’abandi banyagihugu bazakiriye kandi zihabwa n’icizere ko zizofatwa nk’abandi muri vyinshi bishoboka ndetse hakaba harahawe ijambo umwigeme w’umurundikazi yabaye akarorero mugukurikirana inyigisho zatanzwe na HCR yitwa Estalla,  yakurikiranye ivyirwa bine mubijanye no kumenyesha amakuru, nawe yarashimiye iryo nshirahamwe ryamufashije mbere akaba yavuzeko vyamufashije mu kuronka akazi kajanye n’izo nyigisho yaronse.  Estella yaciye aboneraho akaryo ko guhanura urwaruka n’impunzi muri rusangi ko bokwijukira kwiga uko akaryo koboneka kuko kuba impunzi bitobaboha mu mitwe k’ingorane ahubwo ko bobihinduramwo ivyiza bakazotahana ubumenyi buhagije.   Tubamenyesheko muri uwo mwanya abana nabo bariko barakina inkino zitandukanye mbere hakaba hari n’umuhinga mugushushanya yitwa Gatihabwa yariko arabakinisha aho umwana umwe murabo afise nk’imyaka itandatu yanashushanije ibendera y’uburundi, bikagaragaza urukundo urwaruka rukunda igihugu c’arwibarutse. Ibirori vyasozerewe no gufungura imfungurwa zari zateguwe abitavye ivyo birori mukanyamuneza ntangere aho baraho batashe bashimye ukuntu bafashwe muri ico gihugu c’u Rwanda.
#Burundi: Abarimyi basabwa kuriha amafaranga yo kugura ifumbire bazokoresha muri 2020
Mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije kw’igenekerezo rya 21/11/2019, rimenyesha abakeneye kuzokoresha umwavu w’ikizugu kuriha amafaranga ya avance kuva kw’igenekerezo rya 9 kigarama 2019 kugeza igenekerezo rya 07 nzero 2019 Mugihe gushika ubu hari imyidogo myinshi mubari barishe amafaranga yabo kuva mukwa gatanu 2019 bataronkejwe umwavu ukwiye inyuma yo kwongereza mukwicumi hamwe n’abakoresheje umwavu wa FOMI, ubwo bushikiranganji bwasavye ko abakeneye uwo mwavu boriha avance kumifuko bakeneye bacishije kuri posita, Lumicash na kopeke.  Ntitwaronze abarongoye ubwo bushikiranganji ngo tubabaze igituma basaba avance abakeneye uwo mwavu kandi ihinguriro FOMI riwukora atanyungu riheza ngo ribaheko mugihe imitahe ariyabo.
Burundi : Abikitse mu kiza mukuduza ibiciro ry’ifumbire FOMI bagiye kuvugutirwa umuti.
Ikinyamakuru Itara Burundi duherutse kubashikiriza amakenga y’abanyagihugu ko batizeye kwimbura kubera bakoresheje umwavu w’ikizugu uhingurwa n’ishirahamwe FOMI, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yaciye asaba ababuramatari b’intara zose zo mu Burundi hamwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura gusaka no guhasha abikekwako bikitse mu kiza mukuduza ibiciro vy’uwo mwavu. Mwikete N° 530/2745/CAB/2019 ryo kw’igenekerezo rya
19/11/2019 umushikirangaji w’intwaro yo hagati mu gihugu, gukundisha igihugu n’iterambere
ry’abanyagihugu yandikiye ababuramatari bose hamwe n’umukuru w’igisagara ca
Bujumbura agaha kopi umukuru w’igihugu n’ivyegera vyiwe bibiri,  abamenyesha ko « mu gihugu cose haribonekeje
ukwikika mukiza mu kuduza ibiciro vy’umufuko
w’ifumbire FOMI aho wagurishijwe amafaranga agwijwe hafi kabiri, ni ukuvuga ibihumbi
mirongo ine(F40000) kandi wari kugurishwa ibihumbi mirongo ibiri n’icenda vy’amafaranga
y’amarundi(F29000).» aho akavugako ari ku mufuko w’ibiro mirongo itanu(50Kgs).  Pascal Barandagiye arongoye ubwo bushikiranganji abandanya
iryo kete asaba abo bategetsi gukoresha ububasha bafise mukwubahiriza ibiciro
vyashinzwe na reta hamwe no guhana abo bose bikekwako bikitse mukiza kurya
bahana abakoze urudandazwa rwa magendo.  Agirako abasaba ko bokorana n’inzego zijejwe umutekano
bagasaka abafise iryo fumbire bose bikekwako bikitse mu kiza bakarigurisha
icamunara co kimwe n’abadandaza isima yo mubwoko bwa BUSEKO kugira ububiko
busigare bugaragara.  Tubamenyesheko uwo mushikiranganji ataco yashikirije
kuvyerekeye abatanze amafaranga yabo imbere ariko bataronkejwe ifumbire ya FOMI
co kimwe no ku myidogo y’abanyagihugu bamaze gukoresha uwo mwavu  wa FOMI ariko bicurako utoba ukwije ibisabwa
baravye imirima yabo ukwisa.
#Burundi: Hari abafumbije umwavu w’ikizungu uhingurwa na FOMI bazotaha zirayoye.
Uyu mwaka w’uburimyi w’agatasi ka 2019, hari abakoresheje ifumbire ry’ikizungu ryakorewe mu Burundi mw’ihinguriro FOMI bamaze kwihebura babonye uko imirima yabo isa.  Mugihe reta y’uburundi yemereye ihinguriro FOMI gutanga umwavu w’ikizungu (ifumbire) mu gihugu cose atageragezwa rikwiyeribaye, hari abarimyi bamaze kwihebura ko atamwimbu bazoronka kubera bitameze. Icabatangaje abahereranije imirima, uwakoresheje umwavu w’umuhitira niwe azoronka umwimbu kurusha abakoresheje umwavu wa FOMI bakibaza ko iryo hinguriro ryoba ryarabasondetse canke ritigishije bihagije uko uwo mwavu ukoreshwa bagasaba ko reta yokwiga ico kibazo.  Hagati aho hari abatari bake bidogako batanze amafaranga ngo baronswe umwavu wa FOMI ariko gushika ubu batarawuronswa. Bikabonekako reta  ibifisemwo uruhara umuntu afatiye kuguhimiriza abanyagihugu yashizemwo inguvu.

Ifarasi, ibitungwa bishasha bishikiye mungorane za politike mu Burundi.
Mugihe uburundi n’igihugu c’ubufaransa vyari bimaze imisi bifitaniye imigenderanire myiza , ibitungwa vyo mu bwoko bw’ifarasi bigiye gushirwa mugasho(isolement) kubera imvo za Polotike nayo abarimyi 600 bari biteze kubikoresha mukubirimisha basubire kubidima. Hari kw’igenekerezo rya 25 z’uku kwezi kwa gatanu 2018 aho haboneka kurubuga ngurukana bumenyi rwa twitter, amashusho yerekana ibitungwa bitandatu tutari tumenyereye mu Burundi bivugwako ari imfashanyo yatanzwe n’ishirahamwe ry’abafaransa ngo bizofashe muburimyi muri iyo ntara ya Gitega muri komine Nyarusange aho abarimyi amajana atandatu y’abakenyezi bari bagiye kuruhuka isuka ya misi yose.
Ivyo bitungwa bikaba bifise akamaro kanini mubuzima bwa misi yose mu bihugu biteye imbere nk’ubufaransa ndetse n’ibindi bihugu kuko bifasha mukwikorera imizigo no kurima mukibanza c’imashine zirima zisanzwe ari umuzi w’ibuye mu gihugu c’uburundi.
Nkuko twabisomye kuruhinga ngurukanabumenyi bwa twitter, Delahousse Laurent , aserukira ubufaransa mu Burundi ntiyoroherejwe aho Imbonerakure zamusatiriye guhera ayo mafoto aja ahabona, ndetse no kuri facebook akaba yagumye yandikirwa ubutumwa n’imbonerakure zimwagiriza kuzana ibikoko bitemewe kwisi bw’uburundi, aho mbere izo mbonerakure zitaretse no kuvuga nabi ivyo bitungwa zivugako zoba zigwaye, abandi ngo zoba zizotwara ibigwanisho muntambara iriko irategurwa n’izo mbonerakure nyene mumigwi yazo ya whatasapp nk’uko abari muriyo babibwiye itaraburundi.com .
Abihweza ibintu n’ibindi bakabonako izo farasi ziguye mu mporero aho kumafoto yagiye ahabona kuriryo genekerezo rya 25 nyene, umukuru w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame yariko arakirwa na mugenzi we Emmanuel Macro arongoye igihugu c’ubufaransa mu bufaransa aho mbere vyavugwako yaragiye no gushigikira umushikiranganji wico gihugu ajejwe imigenderanire y’urwanda n’ibindi bihugu, umupfasoni Louise Mushikiwabo agomba kwitoza kuba umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ibigu bivuga ururimi rwigifaransa (OIF)uburundi busanzwe Burimwo.
Ishari rero ryavuye kubakoresha urubuga rwa twitter bagereranije imigenderanire iri hagati y’ubufaransa n’ibihungu vy’uburundi n’urwanda bisanzwe bidacana uwaka aho ifarasi zitandatu kuruhande rumwe ari agasuzuguro ugereranije n’icubahiro urwanda rwaronse mu bufaransa kuri izo genekerezo nyene.
Tubamenyeshe ko umushikiranganji ajejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi yasinye ikete kuri uyu musi w’Imana, asanzwe adatonda mu biro ryo kwimura izo farasi ngo zijanwe mu i Mugina muri komine Mabanda intara ya Makamba ahantu zitazosubira kwegera abanyagihugu bari bazinezererewe avugako izo farasi zinjijwe mu Burundi bidakurikije amategeko. Ivyo uwuserukira ubufaransa yamirira kure aho avugako muvyo azi ar’uko izo farasi zinjijwe hakurikijwe amategeko ariko ko atari ubufaransa bwazizanye ahubwo ari imfashanyo zo gufata mumugongo abarimyi b’abakenyezi bashika amajana atandatu(600)ngo bashobore kworoherwa mu burimyi biciye kw’ishirahamwe ryabo n’iry’abafaransa.
Abantu bakibaza nimba koko izo farasi zoba zigiye gupfungwa canke ko zoba zahawe ishirahamwe OGENA-Burundi reta idashaka ko bazironswa mugihe bivugwako ivyo bikoko bifise akamaro gakomeye cane mugufasha abarimyi borozi kuko no muntara ya Cankuzo muri Komine Cendajuru biravugwa ko ivyo bitungwa biriyo. Kurikira Itara Burundi  kuri twitterm ugufyonda ngaha  (@ItaraBurundi)
Burundi: Ingwara n’inzara mw’ibohero rikuru ry’i Ngozi.
Hambavu y’ubukene bw’imfungurwa, hadutse ingwara itaramenyekana mw’ibohero rikuru ry’i  Ngozi aho abantu batatu bamaze gupfa abandi cumi baka abaremvye gushika kur’uyu wa 7 ruheshi 2020.  Nk’uko amakuru dukura kubegereye ibohero rikuru ry’i Ngozi mu buraruko bw’igihugu, mur’iyi misi hadutse ingwara itaramenyekana ikaba imaze guhitana abapfungwa batatu abandi 10 bakaba baremvye aho bagwariye mwivuriro ryaho mw’ibohero(infirmerie).  Haravugwa kandi ubukene bw’imfungurwa buvuyeko abahora bazana impfungurwa batanguye gutinya ko bashobora kutazokwishurwa amafaranga yabo. Ngo boba bafise ubwoba ko abategetsi bari babahaye amasoko yo kujana ibifungurwa mumabohero bashobora kuzohindurwa kubera reta igira iheze ikiringo cayo; Ivyo ngo bigashobora gatuma batishurwa amafaranga. Ubwo bukene bukunyurwa n’uko ubuyobozi bw’amabohero mugihugu bwarabujije abagemurira abapfungwa mu ntumbero yo kwirinda ikiza c’ingwara ya COVID19, abahora bagemurirwa n’imiryango yabo kubera Ingwara zitandukanye bakaba bari mungorane.  Tubamenyesheko co kimwe n’ayandi mabohero yandi yo mugihugu ibitigiri c’abanyororo biri hejuru y’ivyari vyarategekanijwe.  Abanyororo bakaba basaba reta kwihuta gupima aho bagwayi kugira barabeko kitoba ari ikiza ca COVID19 cabinjiriranye narirya mur’abo bagwayi harimwo abakorora, bakongera bagasaba reta ko yopfungura abahejeje iminyororo yabo hamwe n’abahawe ikigongwe c’umukuru w’igihugu kugira igitigiri kibe gito.
CORONAVIRUS muri kaminuza y’uburundi
Inyuma yaho umuyobozi w’igisata c’ubuganga(Médecine) muri kaminuza y’uburundi afatiye ingingo zo kwirinda CORONAVIRUS kubasoma ibitabo birangiza amashure, hari umunyeshure yaraye apimwe CORONAVIRUS(COVID19) yiga muri Campus Rohero.  Guhera kw'igenekerezo rya 06/5/2020, umuyobozi w'igisata c'ubuganga kuri kaminuza y'u #Burundi yarafashe ingingo ko uwuzosoma igitabu co gusozera amashure atazorenza abantu 10 baza kumushigikira. Akaba yabifashe muntumbero yo kwirinda ikwirakwizwa rya #COVIDー19 #CORONAVIRUS pic.twitter.com/CSmAR8XbbB Mugihe reta y’uburundi ibandanya gutegura amatora azoyangura kw’igenekerezo rya 20/5/2020, COVID19, ikiza c’ingwara yatanguriye mugihugu c’ubushinwa muri kigarama 2019, kiguma gishawara mubisata bikoreramwo abantu benshi.  Ahamaze kuvugwa akaba ari mwicapiro ry’ibitabu PACOBU, clinique Prince Louis Rwagasore, OBR, sentare nkuru ya Ntahangwa na kaninuza haraye hatowe umunyeshure ayigwaye.  Amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi akamenyeshako abagwaye COVID19 bavurigwa mumihana yabo kandi ko n’abiketswe benshi bagumizwa muhira. Uwuterefonye kuri 117 aho kuza abaganga baza gupima umugwayi yiketswe bikavugwako haca haza igipolisi kibuza abaho bose kuva mumazu. Akarorero akaba ari imiryango 7 yo mu kinama igire ikwize indwi yugarijwe n’abapolisi kubera umuntu yahashikiye avuye Tanzaniya . Amakuru ava mubajejwe amagara y'abantu yemezako kuwa 30/4/2020 mu #Burundi hari hamaze gupimwa 274 banduye #COVIDー19 hamwe na 1 yapfuye ariko reta ikaba yemera 19 gusa. Abaganga barafise  ubwoba kubona abagwaye bavurirwa muhira ndetse n'abikekwa ntibashirwe ukwabo. @WhoBurundi Aho ni mugihe ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu butagishikiriza amakuru yerekeye ico kiza nk’uko mu hindi bihugu vyo kw’isi babikora kumunsi kumunsi canke ngo reta ifate ingingo zihambaye zo kurinda abantu kwandura ari benshi nko kwugara amashure, guhagarika amakoraniro y’abantu benshi, amasegero, inkino z’imipira n’imanza zihuza abantu benshi. Bikavugwako benshi bamaze guhitanwa n’ico kiza kukubura uwubavura n’abivuza bakankirwa gupimwa COVID19 kandi babona ibimenyetso ndetse na Therence Sinunguruza yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu ariyo yoba yaraye imwishe aho yapfiriye muhira iwe ku Mutanga Nord.  Icokiza gifata abantu bakorora, bashuha, bacibwamwo, babira intuguta nyinshi, bacika intege hakaba n’abazibira mumazuru ntibamoterwe ndetse nabatakaza kwumva akanovera kivyo barya kikandukira mugukora kumuntu agwaye.  Mukwirinda CORONAVIRUS, ni kwirinda kukuramukanya mukoranako, kwirinda kwegera abantu hari abantu benshi, gusiga imetero hagati y’abantu babiri no gutabaza abaganga iyo habonetse uwikekwako ibimenyetso.

Burundi : #CORONAVIRUS: Ubwoba mw’ibohero rikuru ry’i Muyinga
Inyuma yogupfunga apolisi babiri no gufatirwa ingingo zo kutagemurirwa mundwi iheze, haradutse ingwara itaramenyekana mw’ibohero ry’i Muyinga aho abantu bane bamaze gufatwa, umwe ndetse akaba yarapfuye ejo ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 11/4/2020.  Abo bapolisi bapfunzwe bagirizwa umwe kuba yatorokesheje umuntu mubari bashizwe ukwabo kubera bari bavuye hanze batarakwiza imisi  14 isabwa kugira bakinge ikwirakwizwa ry’ikiza ca CORONAVIRUS(COVID19), uwundi kuba yariye igiturire c’amafaranga ibihumbi mirongo itanu (50000FBu) c’uwavuye hanze kugira ntaje kumara imisi 14 ukwiwe, icateye ubwoba abanyororo ko ari hamwe abo babonanye n’abapolisi boba bari bagwaye ko ico kiza coca kibatikiza bose.  Ubuyobozi bw’amabohero nabwo mugukingira abanyororo ico kiza bukaba bwarabujije ababagemurira abanyororo mu gihugu cose, ico naco kikaza cunyura ubwoba abanyororo bafise bavugako narirya hari hasanzwe ubukene bw’ibifungurwa, inzara bafise ari hamwe CORONAVIRUS ihashitse hogwa ibara.  Amakuru ashikira ikinyamakuri Itara Burundi akavugako ubwoba bwongerekanye aho mw’ibohero ry’i Muyinga aho hadukiye ingwara itaramenyekana, abanyororo bane bakaba aribo bamaze gufatwa, badahwa, bajanywe kwa muganga umwe akaba yaciye yitaba Imana ejo kuwagatandatu.  Abanyororo bakaba bagasaba abajejwe amabohero n’amagara y’abantu kuhashika bagapima abo bagwaye ko atoba ari ikiza ca CORONAVIRUS cahashitse cankeko boba bariye ishano, bagasaba kandi ko mugihe reta itarafata ingingo zikomeye kubarundi bose yofuta ingingo ibabuza kugemurirwa n’imiryango yabo kugira bagingire amagara y’abasihaye.
#Burundi: Komine Bwambarangwe : umuhungu na se baragandaguwe mu ndwi iheze inyuma yo gukekwa ko boba bafise koronavirisi.
Twabikuye kuri page facebook ya Pacifique Nininahazwe Ku musi wa kabiri wo mu ndwi yahera (31 ntwarante 2020) niho Damiyano Bonane yatahuka ku rugo iwe ku mutumba wa Buhoro muri komine Bwambarangwe mu ntara ya Kirundo.  Yari asanzwe aza araja gupagasa mu gihugu ca Tanzania, haciye amezi agataha. Ariko yatashe adaciye mu kibanza cagenewe abavuye mu bihugu bikikuje Uburundi, bakabanza kumara imisi 14 mu ntumbero yo kuraba ko ata mugera wa koronavirisi bafise. Damiyano Bonane yategetswe kuja kwipimisha ku bitaro vy’i Buhoro. Bamaze kumupima ubushuhe, naho yategetswe co kimwe n’umuhungu wiwe, Ézéchiel Dusabe, kuja i Mukenke, ku murwa mukuru wa komine Bwambarangwe, ahari ikibanza categuriwe abashizwe ukwabo mu ntumbero yo kuraba ko badafise umugera wa korona. Nuko imbonerakure zica zirabashorera uko ari babiri ako kagoroba. Bahagurutse mu gihe c’isaha zine z’ijoro nkuko bivugwa n’abanyagihugu b’i Bwambarangwe. Igitangaje : bukeye mu gatondo, ikiziga ca Damiyano Bonane n’ic’umuhungu wiwe Ézéchiel Dusabe vyatowe mu nzira aho baraye batemagujwe ‘imipanga. Abajejwe umutekano bo bivugira ko abo bantu babiri batewe mu nzira n’abagizi ba nabi. Abanyagihugu nabo bati nta bandi babishe atari imbonerakure kuko nizo zirara zirakizura. Uretse ivyo kubikeka ko bagwaye koronavirisi, abanyagihugu b’i Bwambarangwe bavuga ko atamvo za politike zinyegeje muri ubwo bwicanyi. Igishoboka rwose nuko Damiyano Bonane n’umuhungu wiwe Ézéchiel Dusabe bishwe kubera batashe bava mu gihugu ca Tanzania kimaze kubonekamwo umugera wa koronavirisi. Ababishe bashobora kuba bibwiye ko ariyo nzira nziza yo kwikingira. Ariko ubwo ni ubujuju butagira izina kuko n’ababishe birashoboka rwose ko banabakozeko, nimba abishwe bari barwaye, ababishe nabo nyene bakwiye gushirwa muri ca kibanza co gucungiramwo abakekwako iyo ngwara kuko ababishe nabo nyene bashobora kuba baranduye. Ubu bujuju buva kandi ku nyigisho zitangwa n’abategetsi bamwe bamwe basigaye bavuga ko umurundi wese atahuka avuye hanze muri kino gihe ari umwansi w’igihugu. Koronavirisi ntituzoyigwanya mu gusahuka umutima, ahubwo tuzoyinesha mu gufatana mu nda. Uwugwaye canke uwiketsweko koronavirisi ntakwiriye gufatwa nk’uwamenje, ahubwo n’uwo kwitwararikwa rwose. Ibibanza navyo abantu bashirwamwo mu kurindira imisi 14 ntibikwiye gufatwa nk’amabohero y’abamenje. Damiyano Bonane n’umuhungu wiwe Ézéchiel Dusabe bashinguwe ku wa kane (02 ndamukiza) mw’itongo ry’abapfuye ryo ku mutumba wa Minyago muri komine Bwambarangwe. Ézéchiel Dusabe yaheruka kuronka amanota meza cane mu kibazo co kurangiza amashure yisumbuye, ubu yariko yitegurira gutangura kaminuza y’Uburundi. None bamunigiye mu menshi kubera umwikeko w’ubujuju.
Burundi : Abarundi  bababa 30 bafise ubwenegihugu bubiri barankiwe kwurira indege
Mugihe ibihugu bitunze biriko bitahukana abanyagihugu bavyo bari kw’isi yose kubera ikiza ca CORONAVIRUS, abarundi bafise ubwenegihugu bw’iburaya, amerika, canada n’ahandi barankiwe kwurira indege ibajana iwabo kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 4/4/2020.  Mugihe indege yarije gutora abanyamanga barenga gatoya 110, yabanje kwankirwa  n’inzego z’umutekano kwururukira kukibuga c’indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye c’i Bujumbura, inyuma y’ibiganiro vyihuta hagati ya reta n’inzego zihambaye kwisi ikaba yaremerewe kwururuka.  Naho bemeyeko iyo ndege yururuka, inzego z’umutekano zikaba zaranseko abarundi bafise ubwenegihugu bubiri, ni ukuvuga abagore canke abagabo n’abana bari bajanye n’imiryango yabo mu bihugu bitunze burira indege uko bababa 30, vyabaye ngombwa ko batandukana n’imiryango yabo.  Tubamenyesheko bagiye inyuma y’imisi mike mu Burundi, umushikiranganji ajejwe kubungabunga amagara y’abantu no kugwanya SIDA atangaje kumugaragaro ko abantu 3 banduye ikiza ca CORONAVIRUS, ikiza catumye ibihugu bitunze bifata ingingo yo gutahukana abanyagihugu bavyo bakwiragiye kw’isi yose kugira bazobikurikiranire.  Ico kiza ca CORONAVIRUS ciswe COVID19 kikaba catanguriye mu gihugu c’ubushinwa muri kigarama 2019 ariko ubu kikaba kimaze gufata abantu barenga 1200000 hamwe n’abarenga 60000 bamaze gupfa kw’isi yose.  Umuntu afashwe n’ico kiza arakorora, yumva ibicurane, ababara mu muhogo, agashuha, agacibwamwo, agacika inkokora,.. Ahenshi bakaba baramaze gufata ingingo ko abanyagihugu baguma muhira, kimwe mubigwanisho bikomeye vyo kwirinda kwandura ari benshi ico kiza cihuta mugukwiragira. Mu Burundi haramaze gutatwa ingingo nahone zitarinke harimwo ko abanjejwe amagara y’abantu baguma bahimiriza abanyagihugu gukaraba kenshi n’amazi meza n’isabune, kwirinda kuramukanya bahoberana canke bakoranako, kwirinda kwegerana n’abandi hamwe n’uko hagize uwobona afise ibimenyetso vyico kiza ko yokwakura kunumero itari 117 akabimenyesha abaganga.  Ikindi nuko umuntu wese yinjiye mu Burundi aca ajanwa ukwawenyene agaharirwa ivomo, kimwe muvyafashwe nk’igihano n’abo iyo ngingo yerekeye kubera baheza bakirihira ama hoteri bashikiramwo n’ivyo bahafungurira, ndetse bamwe bakaba bagerageza gutoroka canke bagataha hataragera. Akarorero ni mu Kirundo abanyagihugu 6 babuze ibihumbi birenga 700 yo kuriha ngo batahe nahone imisi 14 itari bwagere. Abatari bake bakabonako iyo ngingo yo kwirihira izotuma abantu banyegeza ko bavuye hanze n’abagwaye bagatinya kubivuga kubera batinya kuja muri quarantaine kandi n’uko reta itaravuga ko abagwaye CORONAVIRUS bazovugwa kubuntu nuko bazokwirihira.
Burundi : Igihugu c’ubushinwa catanze imfashanyo y’ibikoresho vyo kugwanya ikiza ca COVID19
Kuri uno wa 03 ndamukiza 2020, ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kugwanya ikiza SIDA bwiriwe mubikorwa vyo kugwanya ikiza ca #CORONAVIRUS(COVID19) harimwo kwakira imfashanyo y’ibikoresho vyatanzwe n’igihugu c’ubushinwa, igihugu ico kiza catanguriyemwo.  Ibikoresho biciye amadorari y’abanyamerika ibihumbi amajana ane (400000USD) vyo kugwanya ikiza ca CORONAVIRUS nivyo igihugu c’ubushinwa cahaye reta y’uburundi ku bitaro Prince Regent Charles, umushikiranganji wo kubunganunga amagara y’abantu no kugwanya ikiza SIDA akaba ariwe yavyakiriye abihawe n’ubuserukizi bw’ico gihugu mu Burundi.  Hagati aho, ubwo bushikiranganji nyene bukaba bwakoresheje inama abaserukira ibihugu vyabo n’amashirahamwe mpuzamakungu(ONG) mu Burundi aho barabiye hamwe uko bogwaniriza hamwe ico kiza ca CORONAVIRUS kibangamiye isi yose.Twobibutsa ko ikiza ca CORONAVIRUS catanguriye mu bushinwa mukwezi kwa Kigarama 2019 munyuma gikwira isi yose, kikaba kimaze gufata abantu barenga 1106700 n’aberenga 56700 bamaze gupfa kw’isi yose mu Burundi hakaba bamaze kwemezwa ku mugarararo abagwayi 3.  Ibihugu vya reta zunze ubumwe za amerika, Ubutariyano, Espagne n’ubwongereza hakaba hapfa abari hagati canke barenga 500 na 800 kuri kimwe kimwe cose mumasaha 24 gusa.
Burundi : Abantu babiri basanganywe umugera wa CORONAVIRUS(COVID19)
Ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kugwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, bwamenyesheje kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 31/3/2020 ko hari abantu babiri bapimwe umugera wa COVID19.  Nk’uko ubwo bushikiranganji bubivuga, ibitaro vyo mu Giteranyi hamwe n’ivya BUMEREC vyaratabaje umugwi w’abaganga bajejwe gupima ico kiza, batatu batanzwe n’ibitaro vyo mu Giteranyi bakaba batatowe uwo umugera mugihe abari bagiye kwivuriza kuri BUMEREC basanganywe wo mugera ca CORONAVIRUS bose uko ari babiri inyuma y’ibipimo vyagizwe n’isuzumiro rya reta ry’indwara ryegukira  ishure ry’ikiganga INSP.  Ubwo bushikiranganji bukamenyeshako amagara yabo atabangamiwe kandi bajanywe mubitaro bijejwe kwakira abagwaye CORONAVIRUS arivyo HÔPITAL PRINCE LOUIS RWAGASORE, bukavugako umwe yari yinjiye mu Burundi igenekerezo rya 18 ntwarante uwundi nawe akaba yari havuye i Dubaï. Bukavugako bagiye kuronderwa abahuye n’abo bantu nabo bakipimisha.  Ivyo bikaba bishitse mugihe amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu  yaramaze imisi asemerera ko reta yofata ingingo zo gukingira abanyagihugu ndetse na Human Rights Watch rikaba ryari ryanditse uno munsi mugitondo ko “reta y’uburundi iriko ikwegera abarundi mu kaga ikoresheje kunyegaza amakuru yerekeye COVID19“.  Uburundi busanzwe buri mubihugu bikenye kwisi, hoshigwaho ikigega co kugwanya ico kiza ca CORONAVIRUS gihanze isi mumaguru masha nk’uko amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike abisaba.  Yanasavye kandi ko hoshingwa umugwi woba ugizwe n’amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu Burundi  mu gisata c’amagara y’abantu hamwe n’ubushikiranganji bwo kubugabunga amagara y’abantu arinabwo bwowurongora hanyuma ukagwanya ico kiza ca CORONAVIRUS wivuye inyuma.  Ico kiza ca CORONAVIRUS kikaba gifata cane ibihimba vy’ubugumekero, umuntu  agafatwa akorora, yumva ibicurane, ajugumira, afise ubushuhe, acibwamwo, akanabira ivyuya. Umuntu abonye ivyo nimenyetso akaba yoca aterefona kunumero itarihwa 117 canke akitura ibitaro bimwegereye. Abatarandura nabo bagasabwa gukurukiza ingingo zafashwe n’ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu na reta harimwo gukaraba kenshi n’amazi meza n’isabure, kwirinda kuramukanya mugwana munda canke gukoranako, kwirinda kurundana abantu mwegeranye, n’ibindi uko bagenda barabivuga mumaradiyo no kumbuga zitandukanye.  Ku mugoroba w’uno wa 31/3/2020 abantu bari bamaze kwandura ico kiza kw’isi yose bakaba bari 842801 n’abapfuye 41425; Ibihugu bibangamiwe akaba ari reta zunze ubumwe za amerika bamaze gufatwa abantu 180789 n’abapfuye 3578 harimwo 437 bapfuye ku musi umwe, ubutariyano akaba arico gihugu kimaze gupfamwo abantu benshi 12428 muri 105792 bafashwe nico kiza kuva gitangura, ku musi hakaba hapfa abantu batari musi ya 800, Espagne kikagikurikira aho hapfuye abantu 8269 muri 94417 bafashwe, ubufaransa bumaze kubura abantu 3323 muri 52128  hamwe n’ubushinwa cahereyemwo muri kigarama 2019 bamaze gupfa 3305 muri 81518 bafashwe, eka n’ubudagi, irani n’ubwongereza hakaba bamaze gufatwa abarenga 25000.
Burundi: Ibitaro vyigenga Kira Hospital birasaba ibikoresho vyo gupima CORONAVIRUS
Imyuma y’imisi mekaya ibitaro vyigenga Kira Hospital bimaze bimenyesheje abavyitura ko atarivyo bijejwe kwakira abakekwako ikiza ca CORONAVIRUS, vyandikiye ikete ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu busaba ibikoresho vyo gupima ico kiza.  Mur’iryo kete ivyo bitaro vyanditse uno munsi igenekerezo rya 27 ntwarante 2020 vyamenyeshejeko haheze indwi zitatu vyakira abagwayi biboneka n’amaso ko  bafise ibimenyetso vy’ikiza CORONAVIRUS arico COVID19 ariko kumusi wejo honyene bikaba vyakiriye abagwayi batatu bose.  Uwurongoye Kira Hospital amenyeshako kandi ko ivyo bitaro bifise icuma gipima COVID19 gikoresha uburyo bwa PCR n’abaganga b’abahinga,  bigashobora COVID19 ari hamwe bironkejwe ibikoresho bashiramwo bita réactifs de dépistage mururimi gw’ikinofunofu.    Twobamenyeshako ikiza ca COVID19 kiriko kirabica bigacika isi yose aho abantu bafatwa bagashuha, bagakorora, bagacika intege, bakababara mumuhogo, bakajugumira, bagacibwamwo n’ibindi. Ibihugu vyose vyo kw’isi bikaba vyaraviriye hasi ico kiza catanguriye mu bushinwa muri kigarama 2019.  Abantu bose bagasabwa gukaraba amazi meza n’isabune, kwirinda kuramukanya bakoranako, kwirinda kurundana ari benshi, eka cane cane gukurikiza ingingo zigenda zirafatwa n’abajejwe amagara y’abantu mu bihugu ndetse n’ayatangwa n’ishirahamwe mpuzamakugu ry’amagara y’abantu OMS. Abantu 530 000 bakaba bamaze kwandura, abandi 25.000 bakaba barapfuye nk’uko ikinyamakuru Reuteurs kibivuga gushika ubu.

Burundi : Hari abantu biketsweko ibimenyetso vya COVID-19 kuri Hôpital Prince Régent Charles.
Nk’uko amakuru adushikira abivuga, hari abantu babiri ku butaro Prince Regent Charles ariko ibipimo bafashwe ejo igenekerezo rya 23/3/2020 bikaba bitaraboneka.  Mu gihe ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwabeshuje inkuru twari twanditse zavugako hashobora gufatwa ingingo zo gusaba abantu ngo bagume mumazu, twahavuye turonka ayandi makuru avugako hari abantu babiri biketsweko ibimenyetso vya COVID-19 ku bitaro Prince Régent Charles vyo mu Buyenzi ku munsi w’ejo nyene.  Mugihe abaganga badafise uburenganzira bwo gutangaza ibiba vyavuye mu bipimo vy’abo bapimye, kubera ico kiza kibangamiye isi, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu nibwo bwonyene bwemerewe kubishira ahabona.  N’ubwo biruko abantu baguma basemerera barasaba abantu kubandanya bakurikiza ingingo zitangwa n’ubushikiranganji kuneza yabo bakagumya umutima, ico kiza kikagwanywa n’inguvu zose.  Amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi avuye mu bitaro bitandukanye amenyeshako atabikoresho bikwiye abaganga bafise bikwiye vyo kwikingira no gupima abakekwako ico kiza ahubwo ko atagikozwe reta ngo  ishire amafaranga akwiye  mur’ico gisata vyihutirwa, kuneza y’abaganga n’ay’abanyagihugu muri rusange, abaganga aribo bambere bazohitanwa na COVID-19 munyuma ibara rigwe mu gihugu. “Atari udufukamunwa n’amashati y’ikiganga ntabindi bikoresho tubona” uko amakuru avuga.  Abo twavuganye bafise ubwoba ko arihamwe ico kiza coshika mu Burundi, abantu bokwicwa n’inzara boba benshi bafatiye kukuntu bivugwako abazoshirwa ukwabo bazokwirihira ivyo bazofatirayo bafatiye k’ubukene bwugarije igihugu. Bagatinyako no gusuma hazosuma abafise amafaranga mumazu hanyuma abakozi bareta basanganywe amadeni mu mabanki bakabura uko basuma, abasanzwe babayeho ku munsi ku munsi nk’abadereva b’abakinga, amamoto n’ama taxi, abakora mububare, abamwa, abikorera imizigo n’abandi bataraza.  Bakabonako ubuzima buzoba bubi kurusha mugihe bavugako reta itanguye kwerekanako ata neza yabo yitayeho, “ico yashize imbere ni amatora, sinziko bazotorwa n’abapfuye!” umunyagihugu yibaza.  Twobamenyeshako ico kiza ca COVID-19 (CORONAVIRUS) kimaze gufata abantu barenga 300000 kw’isi abarenga 15000 bakaba bamaze guhitanwa n’ico kiza catanguriye mu Bushinwa muri kigarama 2019 ndetse kikaba kimaze gushika mu bihugu vyose bikikuje uburundi
Burundi : Ingingo zikomeye zo gukinga CORONAVIRUS
Mu gihe atamuntu n’umwe aratangazwa kumugaragaro ko yafashwe n’ikiza ca CORONAVIRUS mu Burundi,bivugwa ko hashobora gusohoka ingingo zikomeye zo gukinga ico kiza mumasaha adashika 48 arimbere.  Amakuru dukesha imbuga ngurukana bumenyi za facebook na Whatsapp, hari abariko barandika bamenyeshako abategetsi bashobora gufata ingingo isaba abarundi bose kuguma mumihira. Igashobora gusohoka mu masaha 48, kugira bakinge ko ikiza ca CORONAVIRUS cokwiragira mu gihugu. Mur’ico gihe abatasumye vyinshi bika vyoca bibagora.  Bikanugwanugwako hamaze gupfa umuntu yabonetseko ibimenyetso vya CORONAVIRUS (COVOD19) i Bujumbura ariko abaganga bakaba batashoboye kuyipima naho umuryango w’umuhisi woba warabisavye ushimitse.  Ni mugihe kandi, n’agashavu kenshi, ubuyobozi bw’ibitaro KIRA HOSPITAL bwanditse itangazo bumenyeshako atarivyo bijejwe kwakira abiketswe ko bafise ibimenyetso vya CORONAVIRUS, buca butanga inumero ngo abantu bohamagarako babonye uwoba afise ibimenyetso ca CORONAVIRUS, inumero abatari bake babona ko ziteye amakenga; Bamwe bapfuzako hokoreshwa numéro zigizwe n’ibiharuro bike, zoroshe gufata kumutwe kandi bakamenyeshwa n’abazitaba abaribo n’aho baherereye kugira bizereko umutekano wabo uzoba ukingiwe.  Tubamenyesheko umushikiranganji canke umutegetsi wese bivanye n’aho akora asohora ingingo zo kwirinda CORONAVIRUS, ibiheza bikajuragiza abanyagihigu mugihe amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yaheruka gusaba reta ko yoshinga umugwi wo kugwanya ico kiza woba ugizwe na reta hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu gisata c’amagara y’abantu,  ugatwarirwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu.  Tubamenyesheko ico kiza ca CORONAVIRUS catanguriye mugihugu c’ubushinwa muri Kigarama 2019, kikaba kimaze guhitana abantu barenga 11000, abarenga 200000 bakaba bamaze kwandura, igihugu c’ubu tariyano mur’ino misu kikaba arico gisinzikaye cane;  Hapfa abarenga 600 ku munsi mur’iyi munsi. Mu Bushinwa bikavugwako cagabanutse naho atamuti urashirwa ahabona canke urukingo vy’ico kiza. Ibihugu bibanyi vy’uburundi bikaba vyarafashwe vyose kandi ingingo zikomeye zikaba zimaze gufatwa zo kugwanya ico kiza. Uburundi akaba arico gihugu cari gisigaye inyuma mugufata ingingo zikomeye aho ibibuga vy’inkino, amaduka, amasoko, amasengero n’amakoraniro ya politike bicemewe gushika ubu.  Zimwe mu ngingo zasohotse:
#Burundi: Abanyeshure bahora biga mu igihugu c’ urwanda bashikijwe ukwabonyene.
Mugihe ku musi wejo igenekerezo rya 14 ntwarante 2020 havuzwe umuntu umwe wumunyamahanga agwaye ikiza  ca CORONAVIRUS mugihugu c’urwanda uno munsi hakiyongerako bane, abanyeshure babarundi bahora bigayo binjiye bigoranye, bashikizwa ukwa bonyene, abiga mumakaminuza bobo bikavugwako bari bakiri ku mupaka w’uburundi n’urwanda aho twakora iyi nkuru.   Guhera mu gitondo co kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 15 ntwarante 2020, ingenzi zasohoka mu Burundi vyavugwako zemererwa gusohoka ariko izinjira zikaba zitemererwa kwinjira mukwikingira COVID-19.  Amakuru ashikira ikiyamakuru Itara Burundi akavugako imodoka z’igisoda zoba zahengereye kukagoroba zigatangura gutwara abanyeshure b’abarundi bahora biga mu mu Rwanda, aho bari batashe kubera reta yaho yugaye amashure kubera ico kiza,  bakaba boba banjanywe ukwabonyene mw’ishure ry’ubuganga ry’i Ngozi, aho bivugwako abanyeshure barihoramwo nabo boba bajanywe i Gitega.  Amakuru abandanya avugako abanyeshure b’abarundi bahora biga muma kaminuza ngaho mu Rwanda bobo gushika igihe c’isaha zitatu zijoro bari bakiri kumupaka uburundi buhana n’urwanda barindiriye ingingo iza gufatwa.  Tubamenyesheko ikiza ca CORONAVIRUS cataziriwe COVID-19 catanguriye mugihigu c’ubushinwa mukwezi kwa Kigarama 2019, kikaba kimaze gufata abantu barenga ibihumbi ijana, kigahitana abarenga ibihumbi bine kandi ko camaze gushika mubihugu vyinshi vyo kw’isi harimwo n’ivyo mukarere k’ibiyaga binini ndetse n’aka afrika y’ubuseruko nka reta iharanira demokrasi ya kongo, Rwanda na Kenya.  Abajejwe amafaranga y’abantu bakaba basaba abantu kwitwararika kugira isuku mugukaraba n’amazi meza n’isabuni, kwirinda gukoranako, kwirinda kuja abantu hakoraniye abantu benshi no kumenyesha abaganga igihe cose habonetse umuntu afise ibimenyetso vy’ico kuza. Mur’ivyo bimenyetso harimwo gukorora, kwumva ubushuhe, kujugumira, gucibwamwo …
Burundi : “Yoba yaragwaye CORONAVIRUS bikagirwa ibanga”
Ku munsi wa hirya yejo igenekerezo rya 11 ntwarante 2020, umuntu akekwa kuba afise umugera wa CORONAVIRUS yataziriwe COVID19, yaribonekeje i Bujumbura, ajanwa muri Kira Hospital bukeye aca ajanwa mukibanza cabigenewe.  Bivugwa ko uwo muntu aturuka muri afrika y’uburengero, yururutse indege kukibuga c’indege citiriwe Melchior Ndadaye ku mugoroba w’igenekerezo rya 11 ntwarante 2020 avuye i buraya, aca ajanwa mu bitaro vyigenga HIRA HOSPITAL.  Bukeye kw’igenekerezo rya 12/3/2020, hari ejo, abakozi batonze nk’uko bisanzwe harabaye uruhagarara bihweje ibimenyetso vy’iyo ngwara ukuntu bisa n’ivy’ikiza CORONAVIRUS, bituma abajejwe amagara y’abantu kurwego w’akarere kubuvuzi Marie ya Bujumbura irimwo bakorana vyihuta, haca hafatwa ingingo yo gutwara uwo mugwayi muri Hôtel Source du Nil aho reta yateguriye abavuye mubihugu bivugwamwo ico kiza, abakozi babona kubandanya akazi.  Kumvo tutashoboye kumenya, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwaririnze kubivugira kumaradiyo ko mu Burundi habonetse umugwayi akekwako CORONAVIRUS, buvugako hari abantu 34 bashizwe ukwabo(en quarantaine) ariko buca bufata ingingo ko umuntu wese azova mubihugu vya buraya azotegerezwa kujanwa aho abashizwe ukwabo bari imisi cumi  n’ine imbere yuko akora icari kimuzanye.  Tubamenyeshe ko ubwo bushikiranganji mw’itangazo bwasoye buvugamwo ivyo tubabwiye ejo nyene, bwagiriyeko buhanura bushimitse abanyagihugu ko bokwirinda ico kiza ca CORONAVIRUS bivuye inyuma, mugukaraba n’amazi meza n’isabunze arimwo umutima wica imigera, ibikoresho vy’isuku bigashirwa ku masoko, amavuriro, ibibuga vy’umupira, mumabiro, amasengero n’ahandi hahurira abantu benshi.
#Burundi: #Coronavirus: Bazomara imisi 14 bugaraniwe ahantu habonyene.
Ibiro vy’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya ikiza SIDA bwafashe ingingo zikomeye zo gukinga ikiza ca COVID-19 giterwa n’umugera witwa Coronavirus, nk’uko tubisoma mw’itangazo ryasohotse kw’igenekerezo rya 05 ntwarante 2020.  Ubwo bushikiranganji bumenyeshako abazoba bavuye mu bihugu vyibonekejemwo ingwara y’icaduka COVID-19, yatanguriye mu Bushinwa mu kwezi guheze, uko ari ibihugu munani bazokwakirwa kukibuga c’indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye c’i Bujumbura, bakajanwa ahantu habonyene aho bazomara imisi cumi n’ine imbere yo gukora ikizoba kibazanye mu Burundi.  Hasigaye kumenya nimba uburyo bukwiye buzoca buboneka, canke ingingo mperekeza zoba zarafashwe narirya ubuzima bwo mu bushinwa, koreya y’epfo, ubuyapani, Iran, ubutariyano, ubufaransa, ubudagi na Espagne butandukanye n’ubwo mu Burundi kandiko imisi 14 iboneka bivanye n’uruhusha canke ico umuntu aba aje gukora mu Burundi.  Ntitwokwibagira kubamenyeshako abenshi mubasoma iryo tangazo bitaye kugakosa kibonekejemwo; igenekerezo rya 05 ntwarante 2050(ibintu bisanzwe bidafuta ingingo zadashwe).

Bujumbura Burundi : Igisagara kinuka amazirantoke.
Haraheze indwi zirenga zibiri havugwa mu gisagara ca Bujumbura, umugwa mukuru w’ubutunzi w’uburundi, imiringoti itwara imicafu yarazivye, amazirantoke agaca ashwara mumabarabara.  Aho bikaze akaba ari kwibarabara ryo hagati mugisagara hamwe no muri karitiye ya 5 mu Ngagara.  “Amazi ava mubuzu bwa surwumwe yuzuye mw’ibarabara ryitiriwe Lt Gnl Adolphe Nshimirimana. Haranuka. Imiduga,ama motos,amakinga bicamwo bijabagurira kubagenda n’amaguru. Ama tuyaux d’évacuation yaramenetse none nta nuko bayasanura.” Abanyagihugu twavuganye bakavugako bafise ubwobako ingwara ziterwa n’isuku rike zigiye kwiha inkumbi niyo atacakorwa ngo iyo miringoti isanurwe mumaguru masha.
#Burundi : Iminota yanyuma y’ubuzima bw’abaforoma babiri n’umushoferi baguye muri Dogodogo.
Kundwi iheze abaforoma bari bahejeje inyigisho zo kugwanya ikiza #Ebola mu ntara ya #Cibitoke, baragize isanganya mu kiyaga #Dogodogo bariko barya umunyenga w’ubwato bamwe barapfa abandi bararokoka. Mubantu icenda bariko barinezereza,  Chadrac, Désiré n’umushoferi yariko arabatembereza barapfuye abandi batandatu bararokoka inyuma yo gutabarwa n’abari basigaye ku nkombe.  Bikaba vyari bibabaje nk’uko muvyibonera mw’injiye ngaha Tubamenyesheko umwe wenyene ariwe bashoboye kuroba ikiziga ciwe murabo bitavye Imana.
Burundi : Abantu barenga 15 barapfuye 33 barakomereka, inzu zirabomoka kubera isegenya.
Hamaze imisi harwa imvura y’isegenya mu gisagara ca Bujumbura, aho amazi amaze kubomora amazu agahitana n’ubuzima bw’abantu.  Mw’ijoro ryo kuwagatandatu igenekerezo rya 21/12/2019 honyene uruzi Cari ruri hagati ya karitiye Nyabagere na Uwinterekwa rwarataye inzira ruhitana abantu 15 barapfuye, 33 barakomereka inzu zirenga 130 zirabomoka. Hari n’abantu bataratorwa inyuma y’ico kiza.  Iyo segenya ikaba yatanguye kugwa kw’igenekerezo rya 19/12/2019 aho imaze kwonona ibitari bike muri Bujumbura, imiryango myinshi ikaba ikeneye imfashanyo yihuta harimwo n’aho ikika umusaya n’ibifungurwa kuko ataco basigaranye.  Ivyo bikaba mugihe ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza ataribwo bukurikirana ibijanye n’ibirere(ISABU) kandi bikavugwako ubushikiranganji bw’ibidukikije ataribwo buraba ivy’inyubakwa, ibijanye n’inyubakwa no gutunganya ibisagara bikaba biheruka kujanwa mubiro vy’umukuru w’igihugu mu kwa gatanu 2019 mugisata citwa OBUHA cegeranirijwemwo ibisata bitandatu harimwo ECOSAT, URBANISME, SETEMU na SIP ariko gushika ubu gikora muburyo budatomoye nk’uko amakuru adushikira abivuga.  Ababona ibintu n’ibindi bakavugako ubushikiranganji bwinshi bushirwaho kugira haboneke ibibanza gusa mugihe ingingo ziburaba zifatirwa ahandi.
Burundi : Ikiza c’indwara itaramenyekana carateye mu ntara ya Muyinga.
Kw’ivuriro rya Gahararo muri komine Butihinda intara ya Muyinga hamaze imisi hivuriza abantu bafashwe n’indwara itamenyekana. Hakavugwa abarenga ijana bamaze gufatwa.  Iyo ndwara ifata abantu umengo ni ibisebe, muntango igatangura nk’umutwe w’ivunja, uwukozeko ako kagaca gafyonyoka, ibikomere bigakwira umubiri wose. Abamaze gufatwa bakaba buzuyeko ibikomere.  Abajejwe amagara y’abantu bakaba bataratora ubwoko bw’iyo ndwara ariko ibipimo bikaba vyarafashwe n’igisata co gupima indwara co kw’ishure kaminuza y’ubuganga INSP ejo kw’igenekerezo rya 21 kigarama 2019.  Abanyagihugu bagasabako amagara yabo yokwitabwaho ico kiza
kikamenyekana kitarasasika inganda.

Burundi: Abanyororo bo mw’ibihero rikuru ry’i #Ngozi bashobora guhitanwa n’indwara zivuye kw’isuku rike, impome zibohero nazo zibomoke
Umuyobozi w’iryo bohero Ngomanziza Franck aheruka kuzibira inzira icamwo amazi ava indani mw’ibohero amazi aca aradengera .  Ivyo navyo vyatumye kuva imvura imaze gutasura mur’uku kw’icumi 2019 amazi adasubira kuronka ahaca aca adengera indani, yuzuza utuzu twa surwumwe none uwinjiyeyo yakirwa n’umunuko bivuye kumazirantoke yadudubije atangura no kureka mumazu y’abanyororo. Atahikozwe vuba ingwara ziva kwisuku rike zishobora kwiha inkumbi hanyuma impome zibohero nazo zisiduke kubera ayo mazi nk’uko amakuru dukura mubegereye iryo bohero babivuga.
Burundi : Ikiza ca marariya coba arico caraye gihitanye Kacaman, umwana yatwenza cane
Umwana yitwa Darcy Iradukunda batazira Kacaman w’imyaka itandatu, yavuka i Gitega akaba yaritavye Imana kur’uyu wagatatu igenekerezo rya 8/8/2019 mwivuriro rimwe ryo mutara ya Gitega, umugwa mukuru wa politike. Uwo mwana Kacaman yari umukinyi akomeye cane w’udukino
dutwenza(comédien), yaramaze kumenyekana mu Burundi aho yarasigaye akina n’abakinyi
b’ikiganiro gikundwa cane Ninde n’ibindi bihangange mugutwenza yongera aremesha
ibiteramo naho yarakiri muto ugereranije n’ibikorwa akora. Yari umwana afise
imyaka itandatu  akaba yari yiga mumwaka
wambere w’amashure matomato (fondamentale).  Abavyeyi biwe bari bafise ubuzima butoya aho
bivugwako se wiwe yari kimyozi(amwa imishatsi muri salon de coiffure)
bikavugwako yahitanywe n’ikiza ca marariya cabaye ndanse mu burundi.  Tubamenyesheko Kacamen yari umu comédien
yaramaze kumenyekana kumbuga ngurukanabumenyi za facebook na Youtube, umuryango
ubuze umwana yowushikanye ahantu heza kuko vyaboneka ko Kacaman atari umwana
asanzwe.
#Burundi: Umuntu umwe wo migihugu ca Suède yaheruka kugendera uburundi yapimwe indwara ifise ibimenyetso nk’ivya Ebola.
Ikinyamakuru mpuzamakungu Reuteur dukesha iyi nkuru canditse  kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 4 nzero 2019, ko hari umugabo akiri muto wo mu gihugu ca suede yapimiwe  mu bitaro vya Uppsala University Hospital indwara ifise ibimenyetso vya ebola amaze indwi nka zitatu avuye mu Burundi.  Kikavugako ko naho biruko mu Burundi atandwara ya ebola yari bwahavugwe mugabo ko mu gihugu kibanyi ca republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, RCD iyo ndwara imaze guhitana abantu  356 kubashika 585 bavugwako bafashwe n’iyo ndwara.  Tubamenyesheko mu bimenyetso vy’ico
kiza harimwo ; kwumva agaseseme,   kumeneka umutwe, agakorora, kuva amaraso
ahantu hose hari intoboro, uburuhe bw’umwanya wose, ubushuhe giturumbuka kandi
bukaze, kudahwa no gucibwamwo. Twobabwirako candukira biciye mu
nzira zikurikira; gukora ku cuya, amate, amaraso, amazirantoke, amaberebere,
umukoyo, intanga, amosozi, ibiseru n’ibindi biva mu muntu yanduye yaba akiriho
canke yapfyuye, kurya inyama z’ibikoko vyanduye kandiko uwegereye kwa muganga
yomenya vyinshi ku bijanye n’ico kiza birenga kur’ivyo twabatohoreje.
Makamba: Abantu 72 binjijwe ibitaro inyuma yo gufungura imfungurwa zirimwo uburozi
Nk’uko tubikesha ikinyamakuru SOS Média Burundi k’ur’uyu wambere 6 nyandagaro 2018  I Makamba mu bumanuko bw’uburundi niho iryo shano ryabereye Abantu mirongo irindwi na babiri (72) binjijwe ibitaro inyuma yo gufungura imfungurwa zarimwo uburozi aho bari mu rubanza kwo kuganduka ku wa gatandatu uheze ku mutumba Ruremba (ZoneNyange)  Abantu batanu bikekwako aribo baroze abo bantu bakaba bari muminwe y’igipolisi c’i Makamba guhera ejo kuw’Imana ku mugoroba nk’uko ayo makuru abandanya abivuga.

Burundi : Sentare nkuru ya Ntahangwa yafashe ingingo yo kugumiza mw’ibohero abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru iwacu.
Inyuma yo kwunguruza urubanza baciriwe, abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru Iwacu sentare nkuru ya Ntahangwa yabafatiye  ingingo yo kugumizwa mw’ibohero kur’uyu wa gatanu ingenekerezo rya 5 ruheshi 2020.  Mugihe sentare
yari yabaciriye urubanza rwo gupfungwa imyaka
ibiri n’igice n’ihadabu ry’amafaranga umuriyoni kuri umwumwe kur’uyu wa
5 ruhenshi 2020 sentare nkuru ya Ntahangwa yakomeje urubanza rwambere inyuma
y’ukwezi ruroye mu mwiherero.  Ikinyamakuru
Iwacu bakorera kikaba kimenyesha ko kigiye kwunguruza urwo rubanza muri sentare
ntahinyuzwa  Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru
nayo nka UBJ, CPJ akaba yiyamirije iyo ngingo avugako abamenyeshamakuru
bapfunzwe bazira umwuga wabo.  In its statement today, @iwacuinfo said that it would continue demanding justice for the journalists and would take the case to #Burundi’s supreme court. https://t.co/SgxbxRepm5 Christine Kamikazi, Agnès Ndirubusa, Egide Harerimana na Térence Mpozenzi bakaba
bari bafatiwe i Bubanza kw’igenekerezo rya 22 gitugutu bagiye kurondera amakuru
yavugwa y’umugwi wari wateye uburundi baca bajanwa mugasho ibikoresho n’imodoka
barimwo birafatwa

Burundi : Petero Buyoya yandikiye umuhuza mu matati y’abarundi amumenyeshako urubanza rw’abagirizwa igandagurwa rya Melchior Ndadaye rutumbereye kwanka gutunganiriza abagirizwa.
Mugwandiko uwahoze ari umukuru w’igihugu Petero Buyoya
yandikiye umuhuza mu matati y’uburundi, umukuru w’igihugu ca Uganda Yoweli
Museveni kw’igenekerezo rya 16 nzero 2020 amenyeshako urubanza rw’abagirizwa
igandagurwa ry’umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye rwabaye urwa politike.  Petero Buyoya amenyesha imvo nyinshi zerekanako iburanishwa
ry’urubanza rw’abagirizwa urupfu rwa nyakwigendera Melchior Ndadaye
rudakurikije amategeko ahubwo ko rwabaye igikoresho ca reta y’uburundi co
kugarukana icizere kubwoko bumwe inyuma y’imyaka cumi n’itanu yaradindije urwo
rubanza.  Petero Buyoya yanditseko kubona atacakozwe kugira urubanza
rwaciwe mumwaka wa 1999 kuriyo dossier y’urupfu rwa Melchior Ndadaye ari
guhonyanga amategeko kandi ko imyaka 20 yavugwa mumategeko ico gihe yamaze
kurenga kuko ruvyuwe harenze imyaka 25 icaha cakozwe.  Yanditse avugako bitumvikana ko umushikirizamanza mukuru wa
republika yokwubahuka kuvugako abo yitwarira atazi iyo bari kandi bamwe muribo
bazwi iyo bakora n’aho baba hanyuma ikigeretseko reta ikima impapuro zo
kwinjira abashingwamanza babo ngo binjire kubaburanira. Uwo yahoze ari umukuru w’igihugu c’uburundi vugako reta
y’uburundi yahonyanze amasezerano y’amahoro no kugubiza hamwe yasinyiwe i
Arusha kw’igenekerezo rya 28 myandagaro 2000,
amategeko yaba ay’uburundi canke mpuzamakungu kuko yisunze itegeko
yabanje guhinyanyura ikisunga ingingo yo mugihugu c’ubufaransa nayo yafuswe
yerekeye kuburanisha abantu batahari. Akabonako kuba atari mu burundi
bidasigurako urubanza rumuraba ataburenganzira aronka bwo kuruburana abicishije
kubashingwamanza.  Amenyesha abarundi n’amakungu ko yanse kwitaba kuko atigeze
amenyeshwa urubanza biciye munzira zemewe kandiko ubutungane butigenga kubera  buriko bukoreshwa kunyungu za politike
kandiko atazorota yemera ibizova mur’urwo rubanza ahubwo ko bafise
uburenganzira bwo kungururiza mumasentare mpuzamakungu n’aya karere. Arerekana
amakenga kukugene ingingo zafashwe n’ubutungane bw’uburundi ziguma ari
ikinyegezwa,gushika n’aho uwupfunzwe atamenya ibiri mw’idosiye imupfunze canke
abari hanze bazocirwe urubanza rw’agacamutwe bibazako boca muryahumye
abashingwamanza.  Tubamenyesheko kw’igenekerezo rya 26 munyonyo 2019 urwo
rubanza rwaburanishijwe i Gitega ahapfungiwe bamwe mu bagirizwa, sentare
ntahinyuzwa ikaba yaranseko abashingwamanza b’abatitavye amaso mu yandi
batinjira mu ntahe y’icese kandi ko kuva ico gihe gushik’ubu rukiri mu
mwiherero.

Burundi: Ntayindi nzira y’urukiza ishoboka atari inzira y’ubutungane
Ijambo ryashikirijwe n’ishirahamwe AC Génocide Cirimoso igenekerezo rya 27 Mukakaro 2019 rijanye n’umusi wo kwibuka abarundi 648 bishwe bazirako bari mu bwoko bw’abatutsi kw’igenekerezo rya 21 Mukakaro 1996.
Burundi : « Izina rya Jean Bigirimana, ni rimwe mu mazina atazibagirwa azokwama ryibutsa amabi n’amarorerwa yakozwe mu twaro ya Petero Nkurunziza… » Pacifique Nininahazwe﻿
Kuri rino genekerezo rya 22 mukakaro 2019, imyaka itatu iraruramye neza umumenyeshamakuru Jean Bigirimana yakorera ikinyamakuru Iwacu afashwe akaburwa irengero. Bikavugwa ko yafatiwe mu ntara ya Muramvya n’inzego z’iperereza za reta y’uburundi ari kukazi gushika ubu abiwe bakaba bataramenya iyo yajanywe.  Mu kiganiro Ndondeza gica kuri Radiyo Umurisho ku misi y’Imana, ejo kw’igenekerezo rya  21 mukakaro 2019,  Pacifique Nininahazwe ashikiriza ico kiganiro yaravuze ubuzima bwa Jean Bigirimana aho avuga ko uwo mumenyeshamakuru yakoreye ibimenyeshamakuru bitandukanye nka Info Grand Lac, Radiyo Rema FM n’ikinyamakuru Iwacu yaburiye irengero amaze amezi make akora.   « Izina rya Jean Bigirimana, ni rimwe mu mazina atazibagirwa azokwama ryibutsa amabi n’amarorerwa yakozwe mu twaro ya Petero Nkurunziza mu kiringo ca gatatu yihagiye ku nguvu. »  Pacifique Nininahazwe   Akaba yabishikirije mur’ico kiganiro Ndondeza yongera amenyeshako kizobandanya kivuga iburwa irengero rya Jean Bigirimana no mu bindi bice bibiri bikurikira.  Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch, ryanditse kurubuga rwaryo ko kuva Petero Nkurunziza ahisemwo kwitoza ubugira gatatu  muri 2015, abategetsi babangamiya ibinyamakuru vyigenga aho  bimwe vyatewe, ibindi bikakwa uruhisha rwo gokorera mu Burundi, abamenyeshamakuru mvamakungu bakabuzwa gukora amatohoza yabo mu burundi ndetse n’abamenyeshamakuru bari mu Burundi bakabuzwa gutanga amakuru ikibonanya canke mu bundi buryo bwose mu maradiyo Voix d’Amérique na BBC.  HRW ryabandanije rivugako abamenyeshamakuru barenga ijana bahunze igihugu, amaradiyo bakorera agahagarika kuvugira kw’isi y’uburundi, abaharanira agateka ka zina muntu n’ibiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu bikirukanwa mu Burundi. Ribandanya rivuga ko abaharanira agateka ka zina muntu nka Germain Rukuki na Nestor Nibitanga bapfunzwe bagirizwa ibijanye n’umutekano mugihe bazize akazi kabo ka misi yose ko guharanira agateka ka zina muntu.  Ikinyamakuru Iwacu Jean Bigirimana yakorera n’abamenyeshamakuru bagenziwe,  gushika uno musi igenekerezo rya 22 mukakaro 2019 aho haheze imyaka itatu afashwe akaburwa irengero, umubabaro ni mwinshi kandi ntibasiba gusemerera basabako reta y’uburundi yokwerekana aho uwo mumenyesha makuru  yaroye. Akaba yasize umugore n’abana babiri ubu bari mu buhungiro, batagira icepfo ca ruguru.
Ishirahamwe ry’abashingwamanza batagira imbibe «  Avocats Sans Frontières » ryahagaritse gukorera mu #Burundi.
Mw’itangazo iryo shirahamwe ryashize ahabona kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 16 kigarama 2018 rimenyeshako ritakibandanije rikorera mu gihugu c’uburundi kubera risabwa amananiza co kimwe n’ayandi mashirahamwe mpuzamakungu yose akorera mu burundi kugira asubira kwugurura inyuma yo guhagarikwa kuva kw’igenekerezo rya 1 kigarama 2018 n’inama nkuru y’umutekano.  Rimenyeshako ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati  bubasaba ibintu bine arivyo ;  Ishirahamwe ry’abashingwamanza batagira imbibe ASF rimenyeshako inyuma y’umwanya utari muto wo kwiyumvira ryasanze kwemera gukurikiza ivyo risabwa na reta y’uburundi vyoba binyuranye n’akarangamutima karyo ndetse n’intumbero ryashingiwe arinaco gituma ritazosubira gusaba ngo ribandanye rikorera mu burundi.  ASF riti naho tumaze imyaka mirongo ibiri dukorera mu Burundi tudahagaritse, turahagaritse ibikorwa vyacu kugahato, tubabajwe no kwugara ibiro vyacu vy’i Bujumbura tukazova  mu gihugu kw’igenekerezo rya 31 kigarama 2018.  Rivugako ugushaka gufasha abanyagihugu b’abarundi gushikira ubutungane nyabwo rikigufise, kuragaragara kandi ryitezeko zizosubira gufasha muri kazoza.  Iryo tangazo rimenshako bashimira abantu bose, amashiramwe n’inzego bakoranye mu Burundi kuva mu mwaka wa 1999 bakabipfuriza kubandanya ibikorwa vyiza.  Tubibutseko inama nkuru y’umtekano yahagaritse amashiramwe yose uko yarenga 130  y’abagiraneza kuva igenekezezo rya mbere z’ukw’icumi 2018 gushika 31 kigarama 2018 ngo abanze asabe kwemererwa gushasha akurikije amategeko kandi ko ingarukambi zitatevye kwibonekeza kubera nka yose yashikana imfashanyo mu banyagihugu ayandi akazicisha mumashirahamwe yo mu Burundi ivyatumye abakozi benshi batakaza akazi, abahora bashorerwa n’ayo mashirahamwe barabura ababashorera ndetse n’amazu yarapanzwe n’ayo mashirahamwe arimwo.
Burundi: Sentare mpuzamakungu (CPI) yoba igiye gusohora imitahe yo guhagarika abagirizwa ubwicanyi buriko burakorwa kuva 2015.
I LAHE mu buhorande hariko harabera inama y’ibihugu bikorana na sentare mpuzamakungu  kuva igenekerezo rya 5  kuzoshika igenekerezo rya 12 kigarama 2018 aho abaserukira amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu baronse akaryo ko kwiga uko abahohotewe baserukirwa mumanza ziburanishwa n’iyo sentare. Muriyo nama bise ASP17, abo baserukiye amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi bariyo barabonanye n’umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu, Umupfasoni Fatou Bensouda bakaba barashimye ukuntu yitayeho kandi afise ishaka ryo kuzorengutsa abakekwako ivyaha bikomeye biriko birakorwa mu Burundi.  Bikanavugwako n’iyo  sentare mpuzamakungu ishobora gusohora imitahe yo guhagarika abarundi bagirizwa ubwicanyi n’ayandi mabi mu misi ya vuba. Tubamenyesheko uburundi bwavuye muriyo sentare mpuzamakungu igenekerezoi rya 27 z’ukwicumi 2017 nayo yamaze kwugurura amatohoza ku burundi igenekerezo rya 25 ukwo kwezi nyene ariko ikaba yari yabikoze mwibanga ikabimenyesha munyuma kandiko n’ubu mu burundi habandanya havurwa amabi akorwa uko bukeye uko bwije. Tubitutseko kuva mu kwezi kwa kane 2015 aho Petero Nkurunziza yamenyesha ko azokwitoza ngo atware ikiringo kigira gatatu kandi ibwirizwa nshingiro ryo muri 2005 ritavyemera hisunzwe amasezerano y’i Arusha ryakomokako harabaye imyiyerekano yahavuye ivamwo ihungabanywa ry’agateka ka zina muntu bituma abarundi barenga ibihumbi amajana ane bahunga, ibihumbi birenga 2000 bakicwa, abarenga ibihumi bine bagapfungwa abarenga amajana 700 bakaburwa irengero nkuko bivurwa n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu,

#Burundi #JMTUpDates: Umukinyi Jospin NSHIMIRIMANA wa Aigle Noir CS Niwe Ari Kw’Isonga ry’Ibitsindo Uno Musi muri Bangabandhu Gold Cup.
Umugwi Aigle Noir Club Sportif wo mu Ntara ya
Makamba, usanzwe ukina mu Cicaro ca Mbere mw’Ishirahamwe ry’Umupira w’Amaguru
mu Burundi « FFB » niwo waserukiye igihugu c’Uburundi mw’Ihiganwa Mpuzamakungu
ry’Umupira w’Amaguru ryo mu gihugu ca Bangladesh ririko rirabera mu gisagara ca
Dhaka kuva kw’igenekerezo rya 12 gushika 15 Nzero 2020. Uno musi kw’igenekerezo rya 16 Nzero 2020 niho uwo mugwi w’umupira w’amaguru « Aigle Noir CS » waserukiye Uburundi wahuye n’umugwi waje userukiye igihuhu ca Mauritius ku muhingamo. Muri runo rukino Uburundi bwatsinze Mauritius ibitsindo 4 kuri 1. Ariko naho Mauritius yatsinzwe, niyo yari yatanguye gutsinda Uburundi mu minota yambere urukino rugitangura. #JMTUpDates: Le Club Aigle Noir SC de @makambaProvince participant à la Bangabandhu Gold Cup 2020 Edition à #Dhaka au #Bangladesh du 15 au 25 Janvier 2020, vient d'humilier cet après-midi le Club représentant Iles Maurice par un score gros de 4-1 en faveur du #Burundi. pic.twitter.com/5tUkDFAyoC Ivyo bitsindo 4 vy’umugwi
w’Uburundi vyinjijwe na NDIKUMANA ku munota wa 41 hamwe na NSHIMIRIMANA ku
minota ya 28, 47, na 85. Ku ruhande rwa Mauritius, igitego kimwe conyene batahukanye
cinjijwe na FRANÇOIS ku munota wa 3. Vyumvikane neza yuko umukinyi Jospin
Nshimirimana yinjirije Uburundi ibitsindo 3 ku kuguru kwiwe bwegu, akaba ari
nawe umukinyi amaze gutsinda ibitego vyinshi kuva iri higanwa ritanguye icese ejo
ku musi wa Gatatu igenekerezo rya 15 Nzero 2020. Ano mahiganwa
yitabwe n’ibihugu 6 ; ari navyo : Bangladesh, Palestine, Burundi,
Mauritius, Seychelles, na Sri Lanka. Mur’ivyo bihugu biri mur’izo nkino z’uno
mwaka i Dhaka, ibihugu 3 (Burundi, Seychelles, Mauritius) vyo muri Afurika nivyo
bishasha muri Bangabandhu Gold Cup. Ibihugu vyateguwe
guhura mu migwi ibiri, ariyo Umugwi « A » n’Umugwi « B ». Mu
mugwi A, harimwo: Bangladesh, Palestine, na Sri Lanka. Mu mugwi B, harimwo :
Burundi, Mauritius, na Seychelles.  Inkino zihuza iyo
ivyo bihugu nazo zateguwe kuno : Rino higanwa « Bangabandhu
Gold Cup » ni ihiganwa mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru ribera mu gihugu
ca Bangladesh kuva mu mwaka wa 1996 kandi ry’itiriwe Bangabandhu Sheikh Mujibur Rahman, yabaye Umukuru
w’Igihugu wa Mbere wa Bangladesh kandi yongera aba Umuministri wa Mbere wa
Bangladesh inyuma hano. Igikombe c’ubushize
cari catahukamye n’igihugu ca Palestine mu mwaka wi 2018. Igihugu kimaze
gutwara ibikombe vyinshi mur’iryo higanwa ni Malaysia, imaze gutwara ico
gikombe incuro zibiri, muri 2015 no muri 1997, ariko uyu mwaka bakaba bititavye
yano mahiganwa ya Bangabandhu Gold Cup.
#Tanzania: Diamond Platnumz, Samuel Eto’o mu Migambi yo Gutanguza Ishure ry’Umupira w’Amagaru.
Umuririmvyi mpuzamakungu w’Umutanzaniya, Nasibu Abdul,
benshi kw’isi bazi kw’izina ryiwe ry’umwuga nka « Diamond Platnumz »,
aheruka kumenyesha ibinyamakuru ko ari mu biyago bidasanzwe kandi bimaze igihe
n’Umukinyi mpunzamakungu w’Umupira w’Amaguru aturuka mu gihugu ca Kamerune, azwi
kw’izina ryiwe rya « Samuel Eto’o », ku bijanye n’ukuntu boshinga
ishure ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Tanzaniya. Amakuru dukesha Daily News n’ibindi binyamakuru
bitandukanye vyo mu karere vyandika amakuru y’inkino aremeza yuko Diamond amaze
igihe gitari gito yiyumvira ukuntu yoja mu rudandazwa rw’inkino z’umupira w’amaguru
kuva aho aboneye ko rwinjiza amahera menshi mu bihugu vyo muri Afurika y’Ubuseruko
na cane cane mu gihugu ciwe ca Tanzaniya. Niho rero Diamond yatangura kurondera
umukinyi w’umupira w’amaguru azwi cane kw’isi kandi akunda guteza imbere abandi
bakinyi baturuka muri Afurika, uyo nawe akaba ari Samuel Eto’o. Mu misi iheze, Diamond yarigeze kwumvikana avuga ati : « Kare, niyumvira ko gushira imitahe mu rudandazwa vy’inkino bitarimwo inyungu ariko ubu ndabona ko nibeshe, birimwo amahera meza kandi menshi. Muri kazoza ka hafi, nzoba nfise umugwi wanje w’umupira w’amaguru ukina mu cicaro cambere ca hano iwacu kuko sinipfuza gutangurira hasi ku ntango muri runo rudandanzwa rukomeye cane. » #Tanzania: Diamond Platnumz, Samuel Eto’o mu Migambi yo Gutanguza Ishure ry’Umupira w’Amagaru. https://t.co/RdbEVnbz8E pic.twitter.com/NDbnfLaIC9 Diamond yabandanije avuga ko naho ashaka kugura umugwi wo
mu cicaro cambere muri Tanzaniya, kizwi nka « Mainland Premier League »,
aripfuza no gushinga ishure ry’umupira w’amaguru rizohora rimurerera imikangara
kugira abo bakinyi b’imikangara bakuze babandanirize kugina mu murwi w’abakuze azoba
afise mur’ico cicaro cambere. Ariko uwo muririmvyo mpunzamakungu, Diamond Platnumz,
ntaravuga umwanya n’umusi azoshira uwo mugambi wiwe mu ngiro ategura gukorana
na Samuel Eto’o. Guhika ubu, ikizwi n’uko azoshinga ishure ry’umupira w’amaguru
hanyuma aheze agure umugwi usanzwe ukina mu cicaro cambere muri Tanzaniya
kugira bimworohere kwinjira mu rudandazwa rw’inkino. Ikindi kizwi n’uko uyo muririmvyi rurangiranwa, Diamond
Platnumz, bizomworohera cane kumenyekanisha ivyo bikorwa bishasha azoba
agiyemwo na rirya asanzwe afise Insamirizi « Wasafi FM » n’Imboneshakure
« Wasafi TV » bizomufasha gushikana ubutumwa n’amatangazo kure mu
gihugu ciwe no kw’isi hose. Diamond ahiriwe ahishije kuko, hiyongeyeko n’Uruganda
rwiwe rw’Indirimbo « Wasafi Records », bizoba vyoroshe cane gukorana
n’abandi baririmvyi nkawe mu kumenyekanisha urwo rudandazwa rw’iwe rushasha rw’inkino
z’umupira w’amaguru. Benshi bariteze yuko uwo mugambi wa Diamond uzotera
imbere vyihuse kuko, hamwe Samuel Eto’o yomwemerera ko bakorana mur’iryo shure,
yoba afise izina rikomeye n’ubumenyi bukomeye vyoba bije kwongereza inguvu mur’ico
gikorwa. Uwo nawo ukaba ari uwundi mutahe ukomeye utokwirengagizwa kw’isi na
rirya bizwi neza ko Samuel Eto’o agifise icubahiro gikomeye kw’isi mubijanye n’umupira
w’amaguru naho ubu we ari umu kukuroke mur’uwo mwuga w’umupira w’amaguru.
#Burundi: Ihiganwa ry’Abatwaza Amakinga ry’uno Musi Ryatahukanywe na NKURUNZIZA Eric
Uno musi kw’igenekerezo rya 29 Kigarama 2019, haramutse hatunganywa ihiganwa ryabatwaza amakinga ryabereye i Magara muri Komine Bugarama mu Ntara ya Rumonge.  Muri iryo higanwa ryabiruka bakoresheje amakinga, hari hitezwe abanonotsi batanu (5) bavuye mu Gitaza muri Komine Muhuta, basanzwe bimenyereza muri Gitaza Star Athletics Club, abandi batanu (5) bavuye mu Minago, Komine Rumonge, basanzwe bimenyereza muri Club d’Athlètisme Minago Star AC, n’abatanu (5) bandi bavuye i Magara muri Komine Bugarama, bimenyereza muri Magara Star AC. Ariko, ku mvo zitandukanye, bashoboye gushika abanonotsi cumi (10) muri cumi n’abatanu (15) bari bitezwe muri rino higanwa. HAPPENING NOW: Le Tour de Magara en cours à @TownOfMagara en @RumongeProvince.Le #TourDeMagara est une course à bicyclette organisée chaque année par l’Académie @SAABurundi qui regroupe le @GitazaStarAC, @MagaraStarAC et le @MinagoStarAC dans le but de promouvoir l’Athlètisme. pic.twitter.com/0YYztsgVib— Star Athletics Academy 🚴🏿‍♂️🏃‍♀️ (@SAABurundi) 29 December 2019 Journal Magara Times
yari yahishikiye kugira ibahe inkuru y’imvaho y’ivyo bikogwa vyakarorihore bisanzwe
bitamenyerewe cane kuboneka mu Ntara Kama y’Imbo, cane cane mu kiyaya c’Imbo
aho urwaruka rwinshi ruhatuye usanga rwitaho cane umupira w’amaguru kurusha
ukwo rukunda ibijanye no kwirukanga, haba ku maguru canke ku makinga. Bwana Christian NSENGIYUMVA, asanzwe ari Umuyobozi w’Ibijanye n’Ubuhinga (Directeur Technique « DT ») wa Akademi y’Abanonotsi « Star Athletics Academy », SAA mu bugufi, nkuko tubikesha uruburwa rwa Tour de Magara kuri Twitter, yavuze y’uko : « Uno musi ihiganwa ryagenze neza kurusha ubushize (muri 2017) kandi abantu benshi vyabashimishije. Benshi banatusavye (banabasavye) ko Amahiganwa nkaya yoba kenshi kugira urwaruka rumenyere Cyclisme. »  #NGD | #NGDSports | #TourDeMagara | #Burundi:"Uno musi ihiganwa ryagenze neza kurusha ubushize kandi abantu benshi vyabashimishije. Benshi banatusavye ko Amahiganwa nkaya yoba kenshi kugira urwaruka rumenyere #Cyclisme;" vyavuzwe na DT wa @SAABurundi, bwana Christian NSENGIYUMVA pic.twitter.com/jzbpw0LJMW Iryo hiryanwa rero,
ryari ribereye ijisho kandi ubona ko abantu benshi bari baje kurirorera mu
gisagara ca Magara, ryatanguye igihe c’isaha zitatu n’iminuta mirongo itatu
n’ine (09h34). Rikaba ryatanguriye aho bita kuri Parking y’ama Taxi-Motos, aho
abantu bafatira ipikipiki bashaka kuja mu mihingo itandukanye ya Komine
Bugarama. Abahiganwa batanguye biruka ku makinga bagana baja i Burangwa, mw’ibarabara riduga rija muri Zone Ruteme riciye muri Zone Bugarama – izo zone zose zikaba ziri muri Komine Bugarama mu Ntara ya Rumonge. Abahiganwa baduze gushika ku birometero icenda (9 km) uduga uja i Burangwa, baca barahindukira baramanuka bashitse i Magara II mu gisagara hagati baca bakikama mw’ibarabara rija kuri Paruwase ya Katolika. Barongera barakikama baragaruka bagenda baja agana mu Rumonge gushika kw’ibarabara rija i Bugarama, aho baciye bamanuka baja kw’ibarabara rija i Bujumbura rya kaburimbo. Urugendo rwose rwangana n’ibirometero mirongo ibiri (20 km). Ukwo bagiye barakwirikirana
gushika ku mpera z’ihiganwa n’uko Uwambere yashitse isaha zitatu n’iminuta
mirongo itanu n’ibiri (09h52), uwanyuma nawe ashika isaha zine n’iminuta
itandatu (10h06). Muri rusangi,
ihiganwa ryagenze neza kiretse umunonotsi babiri (2) bagize ivyago aho uwitwa
NDUWIMANA Emmanuel yagonganye n’umu taxi-vélo bituma ikinga ryiwe risambuka amafire
y’imbere. Uwundi nawe yitwa NIYOMWUNGERE Moïse ashitse kw’ibarabara rya kaburimbo,
rija mu Rumonge rivuye i Bujumbura, ikinga ryiwe ryataye umunyororo bituma arireka
ayora irindi irindi ryari uruhande arabandanye yiruka mw’ihiganwa. Eka naho
vyari ivyago, benshi bo babonye ko bifise insiguro ikomeye kandi vyerekana ishaka
ridasanzwe uyo musore afise. Urutonde
ry’ukuntu Barushanije mw’ihiganwa : 01. NKURUNZIZA Eric                     : 18.00 min 02. NIYOMWUNGERE Moise
: 23.00 min 03. NIYONIZIGIYE Diomede         : 25.00 min 04. HABARUGIRA Jérémie            : 28.00 min 05. IRAKOZE Augustin                   : 29.26 min 06. NDAYISHIMIYE Donatien       : 30.00 min 07. MURISHI Emmanuel               : 30.41 min 08. NSHIMIRIMANA Luc               : 31.05 min 09. NDUWIMANA Emmanuel       : 31.33 min 10. YAMPEZAGIYE Jean
Claude    : 32.17 min Mu ntumbero yo kubatera
intege no kubashimira abo banonotsi kubona batonze mur’ivyo bikorwa, Akademi « SAA »
yabashikirije agasabuni kari karungitswe na Fondation NGD, isanzwe ariyo inagaba
iyo Akademi. Ako gasabuni bakaronse kuno gukwirikira : Uwambere (1er)
akaba yahawe ibahasha irimwo amafaranga ibihumbi mirongo itatu (30.000 BIF), Uwakabiri
(2ème) ahabwa ibahasha irimwo ibihumbi mirongo ibiri na bitanu (25.000
BIF), Uwagatatu (3ème) aronka ibahasha y’ibihumbi mirongo ibiri
(20.000 BIF), Uwakane (4ème) we aronka ibahasha ry’ibihumbi cumi na
bitanu (15.000 BIF), Uwagatanu (5ème) atahukana ibahasha irimwo amafaranga
ibihumbi cumi (10.000 BIF). Hanyuma abandi batanu (5) bakurikira, umwe wese,
yaronse ibihumbi bitatu (3.000 BIF). Ivyo birori ryo gutanga utushirukabute
vyabereye aho bita ku Kabare kwa Tarasisi i Magara. Agatutu nako nyene kabereye
aho nyene kandi kari kanatumiwemwo abantu batandukanye harimwo nabo banonotsi. Twibuke y’uko iryo higanwa “Tour de Magara” ryari ihiganwa rigira kabiri ryo kwiruka ku makinga ritegugwa na Akademi SAA. Irya mbere ryabaye i Magara nyene mu mwaka w’ibihumbi bibi na cumi n’indwi (2017). Iryo higanwa rikaba ritumirwamwo imigwi ihurikiye mur’iyo Akademi, nayo ikaba ari : Magara Star AC, Gitaza Star AC na Minago Star AC. Twibuke kandi y’uko Akademi SAA ifise n’irindi higanwa ry’abiruka ku maguru « Magara Cross Country » rimaze kuba incuro zibiri (2) i Magara no mu Gitaza.
Rukinzo FC: Kashindi Joseph arashobora kutazokina urukino rwa Messager Ngozi FC.
Mu rukino umurwi wiwe wa Rukinzo FC watsinze Ngozi City (1-0), Kashindi Joseph yasohotse mu kibuga hakiri kare  kumunota wa 25′ kubera imvune aho uyo mukinyi wa kera wa Musongati FC yakubise hasi amano yiwe aca aravyimba. Iyo
mvune yiwe biravurwa ko ashobora kumara iminsi iri hagati y’itanu canke indwi
yose arwaye ayo mano, ni mugihe kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 2
munyonyo 2019 umurwi wiwe wa Rukinzo FC uzokwakira Messager Ngozi FC ku kibuga
Intwari.
Burundi Football: inkino z’indwi ya mbere uko zagenze kuruhande rw’abigeme.
Ihiganwa ryo mucicaro ca kabiri kuruhande rw’abigeme ryaratanguye kuva kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 27 gitugutu 2019 aho mundwi ya mbere umurwi wagaragaye cane ari Etoile De L’est wo mu ntara ya Ruyigi wagiye kunyagira Les Envoyées EF wo mu ntara ya Cibitoke (0-15). uku
niko iyindi mirwi yatsindanye : Arena Star 6-0 Girls of Peace CSA Gatumba 7-0 Ikirezi FC Kerebuka
2-2 Etoile du Matin. Bon
Avenir 0-1 Intwarikaze.
Europe Football: Inkuru zitandukanye ziriko ziravurwa ku bakinyi no ku mirwi itandukanye.
Hari inkuru nyishi ziriko ziravurwa ku mugabane wa bulaya, haba ku bakinyi haba ku mirwi zo kuri uyu wa mbere izo nkuru akaba ari izi zikurikira:  -Cristiano Ronaldo yarahawe umwambaro wanditsweko igiharuro 700 gisigura ibitsindo aherutse gukwiza kuva agitangura gukina umupira  w’amaguru. -Gabriel Jesus ubusatirizi wa Manchester City agiye murutonde rw’abanya Brésil bamaze gukwiza canke kurenza ibitsindo 30 mugihugu c’Ubwongereza. Firminho (51buts) Coutihno (41buts) Jesus (30buts). -Real Madrid iripfuza umusatiri w’umwongereza akinira Dortmund,  Jadon Sancho.  -Imirwi itatu niyo isigaye itaratsindwa muri ya
mahiganwa atanu yo kumugabane wa buraya nayo ni Liverpool, Wolfsburg na
Juventus. -Dani Ceballos umukinyi wa Real Madrid yatijijwe mu murwi wa Arsenal ngo yipfuza kwigumira muri uyo murwi mugihe agatizanyo kiwe korangira muri Arsenal.
Vital’O FC: Kanyenkore ngo yarashimishijwe no kunganya kuko yarahatswe gutsindwa na Inter Star.
Umumenyereza
w’umurwi wa Vital’O FC avuga ko bashimishijwe no kunganya (1-1) n’umurwi wa
Inter Star kuko ngo barahatswe. Jean Gilbert Kanyenkore batazira Youndé avuga kandi ko atarigera avuga imbere y’urukino ko aje gutsinda umukeba ariko agira ico avuga iyo abonye umurwi wiwe uratsinze.   “Twashimishijwe kuko twari no gutsindwa. Urukino rwari rwiza umurwi umwe muriyi washobora gutsinda uwundi. Jewe sinigera mvuga ko nje gutsinda ariko mvuga ko dukina uwuronka amahirwe agatsinda ariko uno munsi amahirwe twayanganije niyo mpamvu twagize kimwe ku kindi. Nta narimwe nigera nza ngaha mvuga ko nje gutsinda ariko nemera intsinzi iyo urukino ruheze” .
Vital’O FC: Iracarwanira igikombe ca Primus Ligue hambavu yo kurushwa na Messager Ngozi FC amanota 8.
Mugihe Messager Ngozi FC ubarizwa mu kibanza ca mbere n’amanota 23 urusha umurwi wa Vital’O FC uri mukibanza ca kane n’amanota 15 ngo uracarwanira igikombe ca Primus League nkuko bishikirizwa n’umumenyereza wuwo murwi.  Jean Gilbert Kanyenkore avuga kandi ko ubu ariho ihiganwa ritanguye kuko nta murwi wovugako umaze gutahukana igikombe.   “Ubu niho novuga ko ihiganwa ritanguye kuko turiko turaharura ubusumba sumbane bw’amanota. Igikombe turacariko turakirwanira vyukuri nkubu urashobora kubwira ko watahukanye igikombe? Oya ntiharagera”. Ivyo yabivugiye mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma yo kunganya na Inter Star (1-1).
Vital’O FC: Youndé aremera ko hariho agahaze ku busatirizi bwiwe.
Umumenyereza wa
Vital’O FC aremera ko hariho agahaze ku busatirizi bwuyo murwi bivanye nuko ata
bitsindo vyinshi umurwi wiwe utsinda. Jean Gilbert Kanyenkore batazira Yaoundé avuga kandi ko ari bimwe mu bibazo bamaze iminsi bibaza ariko akavuga ko bagiye kwisubirako.  “Nivyo ntituriko turatsinda ibitsindo vyinshi, natwe turibaza ico kibazo zibaye inkino zibiri canke zitatu tudatsinda ibitsindo bigaragara sivyiza ariko bidusaba ko twokwisubirako. Abasatirizi bacu hari akantu kabacamwo ico kibazo twakibonye ariko tuzogikosora”. Ivyo akaba yarabishikirije inyuma yahoo umurwi wiwe unganirije na Inter Star (1-1).
Messager Ngozi FC: Ehe ico Jimmy Ndayizeye yahinduye.
Mu murwi wa Messager Ngozi FC nta rukino rwo muhira canke rwohanze ngo zose bazifata co kimwe n’ibimwe mubintu Jimmy Ndayizeye umumenyereza wa Messager Ngozi FC avuga ko yahinduye muru uyo murwi. “Nkigishika muri Messager Ngozi FC nararumvise yuko Messager inkino z’ibujumbura canke izogusohoka akunda kubananira ariko ikintu shira imbere ndetse nkabwira abakinyi nuko ata rukino rwo hanze canke rwo muhira inkino zose tuzifata co kimwe. Nabwiye abakinyi ko bokwiyemera nico nagerageje kubashiramwo yuko ata rukino rwo hanze canke rwo muhira”. Ivyo akaba yarabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma yaho umurwi wiwe Messager Ngozi FC waruhejeje gutsinda Athletico Academy (2-1).
Messager Ngozi FC: Gutsinda Athlético Academy vyarabahaye icizere co gutahukana igikombe.
Umumenyereza w’umurwi wa Messager Ngozi FC, Jimmy Ndayizeye avuga ko gutsinda Athletico Academy (2-1)  kuribo vyabahaye icizero co gutahukana igikombe c’uno mwaka w’inkino narirya ariryo hangiro uyo murwi ufise. Uyo mumenyereza wa kera wa Muzinga FC yagize ati imbere ya bamenyeshamakuru:  “Egome gutsinda uno munsi biduha icizere kuko niryo hangiro dufise muri Messager Ngozi FC muri uno mwaka w’inkino, ariko uru n’urukino rugira icumi dukinye turacasigaje izindi nkino zitarinke tuzokina kubwivyo rero bidusaba kwitanga buri urukino, kuko gutahukana igikimbe bisaba ntusamare kurukino narumwe”.   Messager Ngozi FC
ukaba uri mu kibanza ca mbere n’amanota 23 mu nkino icenda umaze gutsinda
inkino 6 ukanganya inkino 2.
Musongati FC : Ihangiro ryuwo murwi ntiriramenyekana !
Ihangiro ry’umurwi wa Musongati FC ntiriramenyeka muri
uno mwaka w’inkino kiretse ko ihangiro ry’uwo murwi rizomenyekana mugice ca
kabiri c’ihiganwa rya Primus League Burundi nkuko bishikirizwa n’umumenyereza
wuwo murwi ukunzwe cane mu ntara ya Gitega. Niyonkuru Djumaine amenyesha ko bazogira ico bavuze igikorwa bafise ubu nico kubaka umurwi wa Musongati FC ariko bazogira ico bavuze mugice ca kabiri c’ihiganwa. Uyo mumenyereza wa kera wa Inter Star agira ati :   «Ihangiryo rya Musongati FC muzorimbaze mugice ca kabiri c’ihiganwa. Ubu turiko dukina kugira ngo tubanze twubake umurwi, kuko abakinyi bari bawurimwo mu mwaka uheze sibo bawurimwo ubu niyo mpamvu duhereye mu kuwubaka ubwambere ». Ivyo akaba yarabishikirije mukiganiro yahaye abamenyesha makuru inyuma yaho umurwi wiwe wanganije na Lydia Ludic (0-0).  Twobibutsa yuko Musongati FC uri mukibnza ca gatatu
muri Primus Ligue n’amanota 20 ukarushwa amanota na Messager Ngozi FC uri
mukibanza ca mbere.
Musongati FC : Ntiyigeze ivuga ko izotahukana igikombe !
Umumenyereza w’umurwi wa Musongati FC w’i Gitega yamenyesheje ko bo batigeze bavuga kuva mu ntango z’ihiganwa yuko bazotahukana igikombe ca Primus Ligue Burundi muri uno mwaka w’inkino. Djumanine Niyonkuru  akaba yarabivugiye mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma yo kunganya na Lydia Ludic Burundi Sport 4 Africa (0-0) yagize ati :   « Sinigeze mvuga ko tuzotahukana igikombe, kiretseko turiko turarwana kugira ngo turabe ko twoba aba mbere kuko haracari kare kuvuga ko tuzoba aba mbere ».
Messager Ngozi FC: Arthur Nibikora aracafise vyinshi vyo gukosora.
Umusatirizi akiri
muto wa Messager Ngozi FC, Arthur Nibikora ngo aracafise vyinshi vyo gukosora
na cane cane muvyo kuduza urugero rwiwe nkuko bivurwa n’umumenyereza wiwe. Jimmy Ndayizeye avuga kandi ko bagiye gufasha uwo musatirizi mu bitari kike kugira ngo abandanye atera imbere.   “Uravye uko Arthur yatanguye ihiganwa neza wabonako ari umuntu akomeye ariko munyuma urugero rwiwe rwaragabanutse buhoro buhoro urabona ko kurukino rwa Flambeau Du Centre urugero rwiwe rwari hasi cane ariko ubu urabona ko ariko aragerageza kugarukana  urugero rwiwe, nkuko nababwiye Arthur n’umwana akiri muto cane aracafise ibintu vyinshi vyo gukosora nivyo tugiye kuzoza turagerageza gukorerako kugira turabe yuko azoshobora kumera neza” .  Ivyo akaba yarabishikirije mugihe uwo musore ariwe yinjirije ibitsindo vyose bibiri Messager Ngozi FC murukino watsinze (2-1) Athletico Academy.
Vital’O FC: Kanyenkore yagize ico ahanura umurwi wa Inter Star.
Umurwi wa Inter Star uhanurwa kubandanya ukina uko wakinye na Vital’O FC. Izo ni mpanuro z’umumenyereza wa Vital’O FC Jean Gilbert Kanyenkore aho ahanura kandi Inter Star ko umurwi atari Vital’O FC wonyene.  “Urukino rwari rwiza cane ku mpande zose, Inter Star yokwigira inama nabo bakaza bakina inkino zose nkuko bakinye  uno munsi, urukino surwa Vital’O FC gusa ariko biraryoheye kubona Inter Star ivyuka ifise umurwi mwiza babandanije gutya ukongerako niyindi mirwi maze kubona umupira wo ngaha wokomera kandi nka kera”.
Kayanza United: Aimé Nzohabona yirukanywe yavyiteguriye !
Umumenyereza wa kera wa Kayanza United aherutse kwirukanwa muri uyo murwi aho yagirizwa umwimbu muke, yaje kwirukanwa nawe amaze kuvyitegurira mu mutwe. N’inyuma yaho uyo murwi utsindiwe (5-0) na Bujumbura City. Icerekana ko Aimé Nzohabonayo yari yavyiteguriye niri jambo yabwiye abamenyeshamakuru inyuma y’urukino rwa Buja City bamubaza kukibazo cuko atankurikizi zokwirukanwa zohaba. Yishuye avuga ati : « Kuribi mbonye nukuri naho vyoshika kubera harya mu mupira burya umurwi utsinzwe bavugako ari umumenyereza  nuko umupira umeze ».
Kayanza United: Aimé Nzohabonayo yirukanishijwe n’abakinyi.
Umumenyereza aherutse
kwirukanwa mu murwi wa Kayanza United avugako adatahura ukuntu abakinyi biwe
bakinye urukino rwa Bujumbura City aho batsinzwe (5-0). Aimé Nzohabonayo yagiriza
cane abakinyi biwe b’inyuma ukuntu bitwaye muri urwo rukino ndetse aho avugako
adatahura ukuntu bagiye barareka abakinyi ba Buja City bakinjiza ibitsindo.
Yongeye  avuga ko ata nakimwe kibera
ubusa.  Ivyo akaba yarabishikirije mu kiganiro n’abamenyeshamakuru inyuma yurwo rukino rwa Buja City.  Aimé Nzohabonayo ati : « Ikimbabaje nuko abakinyi banje binyuma batigeze bashiramwo inguvu kugira ngo bazibire basi barekuye Buja City yitsindire. Urukino rutaratangura umukinyi nari nashize hariya imbere umukinyi wo hagati sinari niteza ko aza gusatira ari wenyene mugabo nari niteze ko aza gufashanya n’abandi bakinyi bo kuruhande banyaruka mugabo urabona ko Prete wewe vyanse, Elihoud nawe vyamwankiye cane, Abdi nawe sintahura muvyo yakoze vyose vyaranse kabisa « .  Aho yariko arasigura.    Uyo mumenyereza wa kera wa Inter Star yongeye amenyesha  ko agiye kubaza abakinyi biwe kuko ngo ntakibera ubusa.  « Ica mbere ngiye gukora ngiye kubaza abakinyi banje kuko ntakintu kibera ubusa. Mbonye ururukino bahejeje gukina nibazako hariho ibintu vyinshi ndababaza numve ivyo ari vyo kuko ntibishobora kumera kurya ».
Kayanza United: Bankuwiha Emmanuel niwe asubiriye Aimé Nzohabonayo.
Umumenyereza wa kera wa
Lydia Ludic Burundi Sport For Africa niwe yahawe amabanga yokumenyereza umurwi
wa Kayanza United. Bankuwiha Emmanuel batazira « Mayele » yasinye amasezerano  y’umwaka umwe yo kumenyereza uyo murwi wambara umwambaro w’umuhondo n’uwirabura, akaba asubiriye Aimé Nzohabonayo aherutse kwirukanwa yagirizwa umwimbu udashemeye muri Kayanza United.  Urukino rwiwe rwambere
Mayele azotangurirako kumenyereza n’urukino ruzobahuza na Les Lierres FC
rutegekanijwe kuri uyu wa mbere igenekerozo rya 30 nyakanga 2019 ku kibuga
Intwari igihe c’isaha (13H30).
Flambeau Du Centre : Umunsi bazovugira  ko bagiye gutahukana igikombe ca Primus Ligue Burundi wamenyekanye.
«Igihe dutsindwa na Bumamuru FC narabawiye ko dushaka kuzoheza igice ca mbere c’ihiganwa turi muri vya bibanza bine vya mbere. Kandi zotanga inyishu yuko nzotahukana igikombe umunsi tuzoba dutanguye igice ca kabiri c’ihiganwa ». Ivyo ni vyashikirijwe na Nzeyimana Mailo umumenyereza w’umurwi wa Flambeau Du Centre inyuma yaho umurwi wiwe waruhejeje kwirahira umurwi wa Les Lierres FC (2-0) mu ndwi igira indwi ya Primus Ligue Burundi murukino rwabeye i Gitega ku kibuga Ingoma. Flambeau Du Centre ukaba ubarizwa mu kibanza ca
mbere muri Primus Ligue Burundi aho ufise amanota 18 mu nkino 7 ukaba umaze
gutakaza urukino rumwe gusa.
Athletico Academy: Ingabire Saidi Marcus ngo kunganya na Inter Star nuko abakinyi biwe binjiye murukino batevye.
Icegera
c’umumenyereza wa Atletico Academy yamenyesheje ko kungaya n’umurwi wa Inter
Star (1-1) ari kubera abakinyi biwe binjiye murukino batevye.  Ingabire
Saidi Marcus akongera kuvuga ko yashimishijwe n’abakinyi biwe kuba barubahirije
ivyo babahanuye mugihe bagiye mu karukuko
mugice ca mbere c’urukino.  Uyo
mumenyereza yarangije avuga ko bagiye kubandaya bakora kugira ngo bakosore
udukosa tumwe tumwe twahabaye kugira ngo uyo murwi ubandanye wigenza neza mu
nkino zi kurikira. Athletico Academic ukaba ufise amanota 10 mu nkino 7 ukaba
umaze gutakaza inkino 3 utsinda 3 uganya rimwe.
Kayanza United: Aimé Nzohabonayo ahejeje gukomborwa !
Inyuma yaho umurwi wiwe utsindiwe ibitsindo (5-0) n’umurwi wa Bujumbura City, umumenyereza w’umurwi wa kayanza United ahejeje gukomborwa n’abarongoue uyo murwi nkuko bahejeje kubicisha kurubuga rwabo rwa Instagram. Aimé Nzohabonayo yagirizwa umwimbu udashemeye  ukudatanga  no kutamenya gutunganya abakinyi biwe ni kimwe muvyatumye uyo mumenyereza ahagarikwa mumabanga yiwe.  Umurwi wa Kayanza United  akaba yarawumenyereje  inkino 5 akaba amaze kunganya 2 atsindwa gatatu.
Flambeau Du Centre : Nzeyimana Mailo ngo biteguriye ibitangaza mu urukino rugiye kubahuza na BS Dynamik !
Umumenyereza w’umurwi wa Flambeau Du Centre uramutswa ikibanza ca mbere muri Primus Ligue n’amanota 18 mu nkino 7 umaze gukina bikaba vyumvikana ko uyo murwi umaze gutakaza urukino rumwe gusa, avugako  urukino ruzobahuza na BS Dynamik mu ndwi igira umunani ya Primus Ligue Burundi ko ari urukino biteze ibitangaza. Ivyo akaba yarabishikiriye inyuma yaho umurwi wiwe utsindiye Les Lierres FC (2-0). Uyo mu menyereza wa kera wa Vital’O FC Nzeyimana Mailo imbere y’abamenyeshamakuru yagize ati : « Tugiye gutegura urukino rwa Dynamik n’urukino ruzo gorana. Mu nkino zose ziza kutugora nuru rwa Dynamik. Kuko bizoba ari ibitangaza biza kuboneka muriyi ndwi igira umunani kuko imirwi yose igiye gukina twebwe canke iyindi mirwi irashobora kuzotakaza ibibanza».
Inter Star: Abin Habimana ngo ntibikunda ko aba umumenyereza mukuru!
Umumenyereza w’imfata kibanza mu murwi wa Inter Star ngo ntacizere afise co kubanya ariwe mumenyereza mukuru w’umurwi wa Inter Star kubera ko batamwizera. Abin Habimana yakiniye Inter Star yongera arawuduza mu cicaro ca mbere awukuye mu cicaro ca kabiri mu mwaka w’inkino uheze wa 2018 aho yafashanya na Aimé Nzohabonayo aramutswa ubu umurwi wa Kayanza United avugako kandi umwanya numwanya uyo murwi uzohava uzana uwundi mu menyereza.  “Nokwishura ko bitoshoboka ko nguma ndi umumenyereza mukuru wa Inter Star kuko umwanya numwanya Star izohava izana uwundi mu menyereza kandi bamuzanye sinzovyanka nzomwakira nzomwereka umurwi uko umeze nanje nzoguma ndi icegera ciwe. Abantu barashobora kubona ko hageze ko noba umumenyereza mukuru ariko muri Inter Star suko babibona ahubwo bavuga ko ngo noba mfise urugero ruto rwo kumenyereza umurwi wo mu cicaro ca mbere”.   Ivyo akaba yabishikirije inyuma yaho umurwi wiwe wa
Inter Star wanganirije na Athletico Academy (1-1) mu rukino rw’indwi y’indwi ya
Primus Ligue Burundi rwabereye ku kibuga Intwari i Bujumbura
FC Barcelona : Messi arashobora kuzosiba murukino rwa Inter de Milan ?
Lionnel Messi kizigenza wa FC Barcelone aherutse gusubirizwa mugice ca mbere na Osmane Dembele murukino Barcelona iherutse gutsinda Villarreal (2-1) biturutse k’umvune. Itangazo rya FC Barcelona rivugako   kizigenza wabo afise imvune yo kukuguru kw’ibubamfu ariko muriryo tangazo Barcelone ntiyamenyesheje ikiringo azomara ari hanze y’ikibuga. Ikinyamakuru L’Equipe ca bafaransa
kimenyesha ko uyo munya Argentine ashobora kuzosiba urukino umurwi wiwe uzota
mu mitwe na Getafe ku munsi wa gatandatu muri la Liga (16H00), ico kinyamakuru
nyeye kibandanya kivugako n’urukino rw’indwi igira kabiri ya Champions League FC
Barcelona izotana mu mitwe na Inter de Milan kuri uyu wa kabiri w’indwi iza uyo
mukinyi ashobora kutazoboneka muri urwo rukino. FC Barcelone murukino rwa mbere rwa Champions League ukaba waranganije na Dortmund (0-0) murukino Messi yinjiye atevye.  Ntimutinye kugira ico
mushikirije (Commentaires) canke ico mudusaba kumakuru yose tubashikiriza.
Real Madrid: Vinicius Jr yasiguye igituma yarize igihe yinjije igitsindo.
Mu rukino Real Madrid yaraye itsinze umurwi wa Osasuna
ku kibuga ca Santiago Bernabeu (2-0) igitsindo ca mbere ca Real Madrid cijijwe na
Vinicius Jr ku munota wa 36’ uyo munya Brésil yaciye akorora amosozi mugihe
tumenyereye ko iyo umukinyi atsinze igitsindo abiryohererwa. Inyuma y’urukino
mukiganiro n’abamenyeshamakuru Vinicius yasiguye icatumye akoroye amosozi hako
aryohererwa igitsindo ciwe. Vinicius yagize ati: “Kuva nkiva mumvune vyari bigoye gusubira kurugero rwanje nahorana, ubu ndasubiriye kandi. Zidane yaramfashije ibitari bike hamwe n’abagenzi banje dukinana.”  Ntimutinye kugira ico

#Burundi #Football: FFB yahagaritse abahagarikizi babiri bazira gusifura nabi !
Abahagarikizi babiri, Kamenyero Joseph umuhagarikizi wo hagati w’i Bujumbura hamwe na Humuza Fabrice umuhagarikizi agira kabiri wo kuruhande w’i Ngozi bahagaritswe n’Ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi FFB ifadikanije n’igisata cayo c’Abahagarikizi CNAF (Commission Nationale d’Arbritage de  Football) nkuko tubisanga mw’ikete inimero 648 ryo kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 25 nyakanga uyu mwaka wa 2019, ryateweko umukono n’umunyamabanga mukuru wa FFB, Jérémie Manirakiza. Abo bahagariki bagirizwa kuvyifatamwo nabi murukino
rwa Primus Ligue basifuye rwahuza umurwi wa BS Dynamik na Olympic Star
rwakinywe kw’igenekerezo rya 15 nyakanga 2019 (0-0). FFB ikaba ifashe iyo ngigo kugira ngo ibandanye ikingira umupira w’amaguru muri rusanga na cane cane ihiganwa rya Primus Ligue.
#Burundi #Football: Amakuru avurwa kubamenyereza ba Primus Ligue.
Uwatanguye gutanga
imihoho hakiri kare n’umumenyereza Eric Manirakiza batazira « Mubaya »
yahora amenyereza umurwi wa Ngozi City, uyu we yatanze imihoho mundwi igira 5
ya Primus Ligue inyuma yaho uyo murwi ukiniye inkino zishika kuri zine utariko
uraronka amanota. Eric Manirakiza
bivurwako yoba ubu ari muri RD Congo mu murwi wa Muungano FC. Ikibanza ciwe
muri Ngozi City caciye gihabwa Alexis Harimenshi umumenyereze yahora ari
umuyobozi w’ubuhinga mu murwi wa Kayanza United mu mwaka uheze ndetse akaba
yaranamenyereje Ngozi City mu mwaka uheze w’inkino niko guca asubirirwa na Eric
Manirakiza nawe akaba asubiriye kumusubirira.  Alexis
Harimenshi amaze kumenyereza Ngozi City inkino zibiri akaba amaze gutsindwa izo
nkino zose uko ari zibiri. Uwundi
mumenyereza aherutse gutanga imihoho ni Robert Bimenyimana yahora amenyereza
umurwi wa Inter Star kuberako ngo yaramaze amezi atari make atariko arahembwa
muruyo murwi nkuko yabibwiye ikinyamakuru Indundi. Ikibanza ciwe mu
murwi wa Inter Star ntikirasubirizwa gushika ubu ariko bikavurwa ko Robert,
kuri uyu wa kabiri mugatondo igenekerezo rya 24 nyakanga 2019 ngo yagiye
kumenyereza Inter Star ariko uwurongoye uyo murwi yaciye avugako atakimukeneye
mu murwi wiwe nkuko amakuru ava muri Inter Star abivuga.  Izina rya
Thierry Shombe riravurwa mu mazina y’abamenyereza bashobora kuzohabwa ayo
mabanga yokumenyereza umurwi wa Inter Star. Mwokwibuka ko Thierry Shombe ubwa
mbere ariwe yahora amenyereza Inter Star ihiganwa ritaratangura ariko hari ivyo
batumvyikanyeko maze bashima gutandukanya. Koca Ramadhan
amenyereza umurwi wa Rukinzo FC biravurwa ko yoba amaze gutakaza icizere
c’abarongoye uyo murwi bivanye nuko uyo murwi utariko uravyifatamwo neza muri
kino gihe,  mugihe bavuga ko umurwi wabo
waguze abakinyi batari bake nkuko amakuru nyene ava muri Rukinzo FC abandanya
abivuga, ngo uyo mumenyereza asanzwe afise urupapuro rw’umutsindo A rutangwa na
CAF (Licence A) ngo yirirwa arakoranya amanama yo kuvuga n’abakinyi kuvyere
ikitagenda neza muri uyo murwi. Ayo makuru nyene
ava muri Rukinzo FC avugako hoba hariho ukudahuza kw’abakinyi aho bamwe basaba
ko Koca Ramadhan yokwirukanwa abandi ngo ahabwe abondanye ahabwa umwanya.
#FIFA #TheBest2019 : Ehe abakinyi batatu Cristiano Ronaldo canke Lionel Messi bari batoye.
Kuri uyu wa mbere mu masaha
y’ijoro mu gisagara ca Milan mugihugu c’Ubutariyano niho hatangiwe ubushimwe bw’abakinyi
bigenjeje neza gusumba abandi mu mwaka 2019 FIFA The Best, Lionel Messi
umusatirizi wa FC Barcelona niwe yaraye agatahukanye ako gashimwe asumbije
Cristiano Ronaldo na Virgil Van Dijk. Naho Lionel Messi yaraye atowe nk’umukinyi yigenjeje neza gusumba abandi ngo sikubera ko Cristiano Ronaldo kizigenza w’umurwi nserukiragihugu wa Portugal bafise ububasha bwo gutora abakinyi batatu, uwo ashize ku mwanya wa mbere aronka amanota 5 uwa kabiri aronka 3 uwa gatatu akaronka rimwe ariko CR7 we mubakinyi yatoye nta Lionel Messi arimwo ariko kubakinyi Lionel Messi yatoye Cristiano Ronaldo yaramushize mu kibanza ca kabiri bisigura ko yamuhaye amanota atatu. Cristiano Ronaldo kizigenza wa Portugal mu bakinyi batatu yatoye n’aba
bakurikira : Matthijs de Ligt, Frenkie de Jong na Kylian Mbappé. Lionel Messi kizigenza wa Argentine atora: Sadio Mané, Ronaldo na De Jong
bakinana muri FC Barcelone.
#ParisSaintGermain : Ikigo ca Camp des Loges caribwe  urukomba mazi !
Ikigo co kwimenyerezamwo c’umurwi wa Paris Saint Germain wo mugihugu c’ubufaransa caribwe ibikoresho bitandukanye harimwo imyambaro y’abakinyi hamwe n’ibindi bikoresho nkuko Iradiyo France Bleu kibivuga. Ico kigo ca Camp des Loges gitumbereye i Saint Germain-en-Laye mu gisagara ca Paris bivurwa ko umusuma canke abasuma barivye hari mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana rishira kuri uyu wa mbere nkuko iyo Radio France Bleu ibandanya ibivuga. Ibikoresho bitandukanye harimwo
imyambaro ya bakinyi idafise amazina, impunzu zo musi hamwe n’udukoti two
kwikingira imbeho nivyo abo basuma bivye. Bakaba barinjiye kwiba ivyo bikoresho
babanje kumena idirisha maze bariba nkuko iyo Radiyo yabandanije ibitangako
umuco.

#ManchesterCity: Bernardo Silva arakekwa kuvuga amajambo yivangura rukoba kuri Benjamin Mendy.
Umusatirizi wo kuruhande wa Manchester City umunya Portugal Bernardo Silva ngo agiye kugurirwa amatohoza n’Ishirahamwe ry’umupira wa maguru mugihugu c’Ubwongereza FA biturutse kumajambo aherutse kwandika kurubuga rwiwe rwa Twitter akekwa ko yoba ari amajambo yivangura rukoba atyoza mugenziwe basanzwe bakinana muri Manchester City Benjamin Mendy.  Silva akaba yarafashe ifoto iriko  Benjamin Mendy umufaransa akiri muto hamwe n’akandi gashushanyo hama arabaza ikibazo ati: « Tomboza uwo ni nde ?  »
#Burundi #Rwanda: Isinya rya Pierrot Kwizera muri AS Kigali ryakiriwe nabi nabamwe mubakunzi b’umupira wa maguru mu Burundi.
Mugihe kuri uyu wa mbere mu masaha y’ijoro ariho haje kumenyekana amakuru ko umukinyi  mpuzamakungu wo hagati w’Umurundi Pierrot kwizera yasinye amasezerano y’imyaka ibiri yo gukinira umurwi wa AS Kigali wo mugihugu c’Urwanda, inkuru itakiriwe neza n’abamwe mubakunzi b’umupira wa maguru mugihugu c’Uburundi. Kumbuga ngurukana bumenyi abo bakunzi bakimara kubona iyo
nkuru bamwe banditse bavugako uyo mukinyi wa kera wa Atletico Olympic ari
ugusubira inyuma nk’ibirenge abandi bakavuga ko batari biteze kubona Pierrot
agaruka mugihugu c’Urwanda. Pierrot Kwizera akaba agarutse mugihugu c’Urwanda inyuma
y’umwaka umwe n’igice avuye muri ryo higanwa aho yakinira umurwi wa Rayon
Sport. Yahora akinira umurwi wo mugihugu ca Oman.
#Burundi #CHAN2020: Intamba mu Rugamba uhejeje kumaramazwa na Uganda Cranes imuhira.
Umurwi  nserukiragihugu
Intamba mu Rugamba uhejeje kumaramarizwa muhira n’umurwi nserukiragihugu wa
Uganda (The Cranes)  ibitsindo (0-3) Mu
rukino rwanyuma rwokurondera itike z’ingikombe ca CHAN 2020 zizobera mugihugu
ca Cameroun. Uganda yagiye kuruhuka igice ca mbere ifise
igitsindo (1-0) cinjijwe na Viane SSEKAJUGO. Igice ca kabiri Abagande baraza
kandi  bazikenyereye cane basubira
kuronka ibindi bitsindo bibiri babikesheje Mzamiru Mutyaba kizigenza wabo hama
Mustapha Kizza yinjiza ica gatatu urukino ruba rurarangiye Uganda Cranes
utahukanye intsinzi ya (3-0). Urukino rwogusubiriza rukazoba hagati y’igenekerezo
rya 18 na 20 Gitugutu 2019.
#Burundi #CHAN2020: Intamba mu Rugamba vs Uganda Cranes.
Kuri uyu wa gatandatu igihe c’isaha icenda (15h00) amasaha yo mu Burundi ku kibuga citiriwe Intwari Stadium mugisagara ca Bujumbura harategekanijwe urukino  rwa mbere hagati y’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi, Intamba mu Rugamba uza gutana mu mitwe n’umurwi nserukiragihugu w’Ubuganda (The Cranes) mu ntumbero yo kurondera itike z’igikombe ca CHAN 2020 kizobera mugihugu ca Cameroun ku bakinyi basanzwe bakinira mu mahiganwa yo mugihugu iwabo. Urwo rukino rukaba ari urukino rwanyuma rwokurondera iyo itike mugihe Uburundi bwovyifatamwo neza mu nkino zibiri zizobuhuza na Uganda ntakibuza ko buzoca buronka itike ryo kwitabira iryo higanwa rya CHAN 2020 mugihugu ca Cameroun. Uburundi buheruka kwitabira ico gikombe muri 2014 cabereye muri Afrika y’efpo. Izindi nkino zitegekanijwe uno munsi nyene muri CHAN: 15:00 Burundi ? – ? Uganda 18:30 Senegal ? – ? Guinea 19:00 Mauritania ? – ? Mali 20:15 Algeria ? – ? Morocco 20:15 Tunisia ? – ? Libya
#RealMadrid: Ehe umurwi Zinedine Zidane yahaye amahirwe yogutahuka Champions League.
Inyuma yaho umurwi wiwe utsindiwe na Paris Saint-Germain (3-0) kuri uyu wa gatatu mu rukino rwa mbere rw’inkino za Champions League, Zinedine Zidane umumenyereza wa Real Madrid yarabajijwe kubijanye n’amahirwe uyo murwi wo mugihugu c’Ubufaransa ufise ko ushobora gutahukana ico gikombe. Zinedine zidane ati : « Nimba ko PSG ushobora gutahukana C1 ? Ego urashobora kuburyo ubwaribwo bwose. N’umurwi werekanye urukino rwo kurwego rwo hejuru  murukino twakinye. Nibaza yuko vyari bibakwiriye gutsinda. PSG yari ihagaze neza mubisata vyose natwe ntitwakinye neza. Mugihe tutoduza urugero rwacu biracatugoye. Twakinye n’umurwi wadushizemwo akariro kandi uraronka ibitsindo bitatu ».
#ClassementFIFA : Uburundi bwungutse ibibanza bine mu kwezi kwa nyandagaro, Ububirigi mu kibanza ca mbere.
Uko ukwezi guheze niko ishirahamwe ry’umupira wa maguru kw’isi FIFA ryama risohora uko ibihugu birushanya amanota kurwego rw’isi yose aho Uburundi bwahora mukibanza 148 mu kwezi kwa mukakaro ariko muri kuno kwezi bukaba bwungutse ibibanza bishika kuri bine vyose aho ubu bubarizwa mu kibanza 144. Ugerageje kuraba ibindi bihugu bisangiye akarere k’Afrika y’ubuseruko n’Uburundi navyo birushanya uku gukurikira :   Uganda mu kibanza ca 80 kw’isi   Kenya mu kibanza  107 kw’isi   Urwanda mu kibanza c’130 kw’isi   Tanzania mu kibanza c’135 kw’isi   Uburundi mu kibanza 144 kw’isi   Soudan y’epfo 173 kw’isi  Ububirigi nibwo bufata ikibanza ca mbere kw’isi bugakurikirwa n’Ubufaransa, Brésil ikaza mu kibanza ca gatatu, Ubwongereza mu kibanza ca kane, ica gatanu kigafatwa na Portugal ni mugihe muri Afrika igihugu gifata ikibanza ca mbere ari Sénégal ariko kigaca gifata ikibanza ca 20 kw’isi, Tunisie mu kibanza ca kabiri muri Afrika, mukibanza ca 29 kw’isi, Nigeria mu kibanza ca gatatu muri Afrika kw’isi kigafata ikibanza ca 34, Algéria mu kibanza ca kane muri afrika kw’isi yose kigafata ikibanza ca 38.
#ChampionsLeague   #RealMadrid: Zinedine Zidane ngo PSG yarabaririye hagati!
Inyuma yaho Real Madrid umaramajwe n’umurwi wa Paris Saint-Germain hariya ku kibuga ca Parc des Princes mu rukino rw’indwi ya mbere Champions League mugutsindwa (3-0), Zinedine Zidane aremera ko umurwi wiwe utitwaye neza muri urwo rukino. Zizou ati: « Tugize ijoro ribi kabisa. Twatanguye gukina neza ariko twabuze inguvu. Twariwe hagati mu kibuga na cane cane PSG ibikesheje inguvu yashizemwo. Urugero twerekanye si rwiza. Igice ca kabiri kandi nticabaye ciza kuko baciye badushira mubigeragezo kuko ntitwamenye kurondera uburyo bwogutsinda.  PSG uno munsi bakinye neza. Tugiye kwiruhutsa hama tubandanye dukora ». Ivyo akaba yabivugiye mu kiganiro yahaye RMC Sport
#Dortmund: Achraf Hakimi ngo aracarota igaruka ryiwe muri Real Madrid.
Umunya Maroc yatijijwe n’umurwi wiwe wa Real Madrid ikiringo c’imyaka ibiri mu murwi wa Dortmund ngo aracatora kugaruka mu murwi wa Real Madrid nkuko yabibwiye ikinyamakuru Marca. Achraf ati: « Nama nkurikirana inkino zose za Real Madrid, ndakunda gukurikira umupira wo mugihugu ca Espagne.  Narabivuze ko igihe icarico cose  Real Madrid izompamagariko nzoba uwa mbere kwitaba akamo kawo. Umumenyereza wayo aranzi neza ariko ubu ubwenge bwanje buri kuri Dortmund ariko tuzoraba ikizokurikira ». Uyu niwo mwaka wanyuma usigaye mugatizanyo Real Madrid
yatijije uyo musore w’imyaka 20 mu murwi wa Dortmund.
#ChamipionsLeague#FCBarcelone: VAR ngo yoba idakora kuri Barca!
Ngo naho Marc-André Ter Stegen yerekanye urugero rwiza muguhagarika imipira itandukanye ndetse harimwo na penalty ya Marco Reus murukino rwo ku munsi w’ejo hagati ya Dortmund na FC Barcelone (0-0) murukino rwa Champions League ariko ngo irya penalty ngo yari gusubirwamwo kuko ngo Ter Steven yari yarenze umurongo imbere yaho Reus atera umupira. Ivyo bivurwa n’abakoresha imbuga ngurukana bumenyi ndetse bamwe bakavuga ko ubuhagarikizi bwarahengamiye Barcelone abandi ngo VAR yoba idakora iyo hakinye FC Barcelone. La VAR ne marche que pour le Barça. Reus aurait dû retirer le penalty quand on voit la position de Ter Stegen.. pic.twitter.com/p3MDVGrvCO
#RealMadrid: Ubusatirizi bushasha ngo bwitwa BBH.
Mu kiganiro n’abamenyesha makuru imbere yaho umurwi wiwe wa Real Madrid uzagutana mu mitwe na Paris Saint-Germain kuri uyu wa gatatu igihe c’isaha 21h00 mu masaha yo mu Burundi, Zinedine Zidane hari umumenyanyamakuru yamutwengeje aho yariko aramubaza abasatirizi ashobora gutanguza mukibuga aho uyo mumenyeshamakuru yadukanye imvungo ngo twitege ubusatirizi bwa BBH ? Aho  yagomba kuvuga Bale, Benzema na Hazard. Zinedine Zidane ati: « Niwe ubitanguje ? ariko vyumvikana neza mu matwi, ariko tuzomenya neza icobisigura imbere ya Paris Saint-Germain ».
Mu myaka y’imyuma Real Madrid yari ifise ubusatirizi bwitwa BBC: Bale,
Benzema na Cristiano Ronaldo hama  FC
Barcelone nayonyene yahora ifise ubusatirizi bwa MSN: Messi Suarez na Neymar
#Burundi #FFB: Abari bipfuje ikomborwa rya Mutombora ntirikibaye!
Inyuma yaho Intamba mu Rugamba zisezerewe n’umurwi nserukiragihugu wa Tanzania Taïfa Stars muri za nkino zokurondera itike yo kuja  mugikombe c’isi yose abatari bake bari bipfuje ikomborwa ry’umumenyereza mukuru w’Intamba Murugamba Alain Olivier Niyungeko batazira « Mutombora » ntirikibaye ahubwo ko yongerejwe abantu bazobandanya bafashanya muri staff yiwe  nkuko uwurongoye FFB yabishikirije mu kiganiro co kuri uyu wa gatandatu yahaye abamenyesha makuru. Abo bongerejwe
muri Staff ya Mutombora n’ikizigenza wa kera w’Intamba Murugamba Djuma Mossi
hamwe n’umunyegori yabiciye biracika mu Ntamba Murugamba Aimé Kitenge.
#Burundi #PrimusLigue: Ivyavuye mu nkino z’indwi ya gatandatu.
Mumpera zino ndwi ihiganwa rya Primus  Ligue ryari mundwi yaryo igira gatandatu ivyavuye murizo nkino navyo n’ibi bikurikira: Les Lierres FC 0-3 Bumamuru FC.  Athletico Academic 3-2 Kayanza United. Messager Ngozi FC 2-1 Vital’O FC.  Inter
Star
1-0 Aigle Noir.  Rukinzo FC 0-3 Flambeau
Du Centre.  BS Dynamic 0-0
Olympic Star.  Bujumbura City 2-3
Musongati FC.  Ngozi City 0-1 Lydia Lydic Burundi Sport For Africa.
#Burundi #FFB: Intamba Mu Rugamba muri CHAN zigiye kumenyerezwa n’Abamenyereza batatu.
Abamenyereza batatu basanzwe bafise urupapuro rw’umutsindo A rutangwa n’Ishirahamwe ry’umupira wa maguru muri Afrika CAF: Joslin Bipfubusa (Aigle Noir), Jimmy Ndayizeye (Messager Ngozi FC) hamwe na Omar Ntakagero (Buja City) nibo bahawe ayo mabanga yokumenyereza izo Ntamba nkuko vyamenyeshejwe n’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi, FFB hari kuri uyu wagatandatu mukiganiro yahaye abamenyesha makuru munyubako za FFB. Ivyo akaba
yabishikirije mugihe hasigaye iminsi itanu gusa kugira ngo Intamba mu Rugamba
z’abakinyi bakinira mugihugu iwabo ngo zitane mu mitwe n’umurwi nserukiragihugu
wa Ouganda mu rukino rwanyuma rwo kurondera itike za CHAN zizobera mugihugu ca
Cameroun. Reveriano
Ndikuriyo yamenyesheje ko murabo bamenyereza batatu ngo nuko bataratora
umumenyereza mukuru. Abo bamenyereza
baka baje gusubirira Alain Olivier Niyungeko yahora amenyereza izo Ntamba za
CHAN.
#Burundi #Égypte : Fiston Abdoul Razaq yasinye muri ENPPI wo muri Misiri.
Umusatirizi w’Intamba Murugamba  Fiston  Abdoul Razaq yahora akinira umurwi wa JS Kabylie wo  mugihugu  ca Algeria yahavuye awuvuyemwo ubu  akaba yimukiye mu murwi wa ENPPI Sporting Club usanzwe ukina icicaro ca mbere mugihugu ca Misiri mw’ihiganwa rya Egypt Premier  League nkuko ikinyamakuru Viwanjani Leo TZ kivyandika.  Fiston  Abdoul Razaq yasinye amasezerano y’imyaka itatu yogukinira umurwi wa ENPPI FC.
#Burundi #Tanzania: Simba SC uripfuza Frédéric Nsabiyumva Ferré.
Umurwi wa Simba Sport Club wo mugihugu ca Tanzania ngo uriko uraresha umukinyi w’inyuma asanzwe ari ngenderwako mu Ntamba Murugamba ndetse no mu murwi wa Chippa united wo muri Afrika y’epfo Frédéric Nsabiyumva batazira Ferré nkuko ikinyamakuru Mishe Mishe Sport kibivuga. Indongozi za Simba SC zikaba zaremeye urugero uyo murundi
agezeko ni nyuma yaho bamuboneye kurukino igihugu ca Tanzania casezereye
Uburundi muri zankino za mbere zo kurondera itike z’igikombe c’isi yose ca 2022
kizobera mugihugu ca Qatar.
Intamba Mu Rugamba U20, Urutonde rwa bakinyi 25 binfata kibaza batumweko.
Intamba mû Rugamba za bari musi y’imyaka 20 batahukanye itsinzi y’ibitsindo (2-0) i Addis-Abeba mû rukino rwambere rwabahuza na Ethiopia mû majonjora yo kurondera itike z’igikombe ca Afurika CAN 2019. Umumenyereza w’Intamba mû Rugamba Joslin BIPFUBUSA yatumyeko abakinyi mirongo ibiri n’abatanu (25) vyimfata kibaza kugira ngo baze bitegurire urukino rwo gusubiriza ruzobahuza na Ethiopia rutegekanijwe kw’igenekerezo rya 21/Ndamukiza uno mwaka,Mû ntara ya NGOZI ku Kibuga Urukundo. Muri runo rutonde dusangamwo abakinyi basanzwe bakina icicaro ca mbere gusa (Primus Ligue). Abakinyi umunani (8) bo muri Aigle Noir y’iMakamba, bane (4) bo muri Musongati Fc y’iGitega, batatu (3) bo muri Messager Ngozi, Ngozi city, Buja city na Lydia Ludic sport 4Africa iyo migwi yose ifisemwo abakinyi babiri babiri buri umugwi,mugihe Vital’o Fc, Delta star, Les Lierres na Olympic star bafisemwo umukinyi umwe umwe muri runo rutonde. Urutonde rwuzuye nguru ngaha: 1.RUKUNDO Onesime(MESSAGER NGOZI)
2.KITENGE Arlly Tonton (BUJA CITY)
3.NDUWIMANA Haile Shalom (NGOZI CITY)
4.SELEMAN Moustafa( AIGLE NOIR)
5.MURYANGO Moussa(VITAL’O)
6.NDORIYOBIJA eric (LLB)
7.HAKIZIMANA Erithie (AIGLE NOIR)
8.NDIZEYE Eric (MUSONGATI)
9.BIGIRIMANA Ramadhan(AIGLE NOIR)
10.KAMANA Ismaïl (AIGLE NOIR)
11.NDAYE Chancel (LLB)
12.IRADUKUNDA Parfait ( MUSONGATI)
13.MBIRIZI Éric(BUJA CITY)
14.MURYANGO Mabano(AIGLE NOIR)
15.EZA Armel( NGOZI CITY)
16.NSHIMIRIMANA Jospin (DELTA STAR)
17.NSENGIYUMVA Rahim (MESSAGER NGOZI)
18.DJUMA muhamed ( MUSONGATI)
19.KWIZERA Eric( LES LIERRES)
20.KANAKIMANA Bienvenue (AIGLE NOIR)
21.RAMADHAN Pascal ( OLYMPIC STAR)
22.SHAKA bienvenue (AIGLE NOIR)
23.IRAKOZE Saidi ( MUSONGATI)
24.MAVUGO Cedric titi ( AIGLE NOIR)
25.MPISEMWONEZA Ladislas (MESSAGER NGOZI). Imyimemyerezo rero zitegekanijwe kw’igenekerezo rya 13 Ndamukiza uyu mwaka turimwo kuri Centre Technique National benshi bamenyereye (CTN) mû Ngagara.
Don Bosco kimwe mu bibuga bisigaye vyakira inkino za Primus Ligue
Ico n’ikibuga kiri muri zone Buterere komine Ntahangwa citwa Don Bosco, ni kimwe mu bibuga vyiza cane gifise umusezero usanzwe. Ici kibuga gishobora kwakira abantu atari bake, ndetse gifisemwo ikindi kibuga ca Basket-ball,nikurico kibuga nyene hamaze imisi ibiri hakinirwako inkino za Primus Ligue,bimwe mu bintu vyishimirwa n’imvukira zo muriyo zone ya Buterere,mbere bamwe bagasaba ko zobandanya zikinirwa ngaho nyene. Ariko nkuko abasogokuru bayamaze bâti Ntamwonga ubura isato yoba idahizwe,nubwo ico kibuga ari ciza bamwe mu bakinyi cokimwe n’abamenyereza baracidogera ubwaguke, n’uburebure bwaco. Bamwe mu bakinyi twavuganye bagize bâti « Ikibuga ni ciza ariko kiragutse gose cane bigatuma turuha ningoga » Kuruhande rw’abamenyereza bo bagira bâti « nta ntebe zo kwicarako turonka abakinyi bacu bicara hasi » Intambamyi kandi ntizibuze no ku bahagarikizi kuko nabonyene usanga basifura urukino bamwe binjira mu kibuga akarorero: umuhagarikizi wo kuruhande birashika akinjira mu kibuga bivanye n’ubwinshi bwa barorerezi baba bamwegereye ndetse, n’umuhagarikizi agira kane (4), usanga ibikoresho vyiwe abishira hasi ku vyatsi kuburyo vyoshika bashobora kubimwiba. Kuruhande rwabarorerezi bo bagonako umusi bizoshika imvura ikarwa bazoheza banyagirwe n’ivyabo vyose, abo twavuganye bagize bâti « Turashimiye Ffb kuzana inkino ngaha iwacu mu Buterere kuko twari tubishashaye ariko nibarabe batwiyumvire baduhe agatribune gato ko kwugamamwo imvura, kuba tudafise aho twicara niyo mpamvu ituma twegera abahagarikizi bo kumpande cane, nikubera ko tubura iyo twicara, abantu bose turwanira kwicari imbere tugaca dutwarwa n’uburyohe bw’urukino ugasanga turabegereye cane  » Kugira ngo rero akanovera k’inkino ndetse ikibuga ca Don Bosco de Buterere kibanda gihurumbira ku bwinshi aba bijejwe barabe ico bokwongereza narirya misi yose Intango yama igora.
Ivyaranze Indwi ya 24 ya Primus Ligue
Ihiganwa rikuru ryo mu cicaro ca mbere mu Burundi hagati mundwi ryari ryinjiye mu ndwi yaryo igira 24 ku bibuga bitandukanye, ibi navyo ni bimwe mu vyaranze iyo ndwi ya 24 iryo higarwa ryari ri gezeko navyo nibi bikurikira. Ikibuga ca Don Bosco de Buterere kigiye mu mateka y’ibibuga bimaze kwakira ihiganwa rya Primus Ligue ico kibuga cakiriye inkino 4 urwa Delta star na Messager Ngozi rwarangiye kunsinzi ya Messager Ngozi (1-0). Athletico Olympic na Lydia Ludic sport 4Africa urukino rwarangiye kunsinzi ya Lydia Ludic (2-0). Les Lierres na Olympic Star,urukino rwarangiye kunsinzi ya Olympic star ya (4-1). Inter Stars na Flambeau de l’Est, urukino rwarangiye kunsinzi ya Flambeau de l’est ya (2-1). Aigle Noir inyagira imvura y’ibitsindo 10 kuri 1 umugwi wa Les jeunes Atheletics bitari bwaboneke muri uno mwaka w’inkino muri Primus Ligue. SHAKA Bienvenue na AkANAKIMANA Bienvenue abakinyi bose bâ Aigle Noir nibo bonyenye bashoboye kuronka ibitsindo bitatu (3) canke birenga Hat-trick mu rukino rumwe gusa rwahujije Aigle noir na Les jeunes Athetics. Murukino rumwe rwonye nirwo ruta bonetsemwo igitsindo muriyi ndwi ya 24 ya Primus Ligue rwa Musongati na Ngozi city urukino rwabereye i Gitega. Urukino rwahujije Delta Star na Messager Ngozi rwabonetsemwo ikarata itukura yahawe umukinyi wa Delta star cokimwe n’urwa Athletico Olympic na Lydia Ludic ikarata yeretswe Issa Dieudonné wa Athletico Olympic. Indwi ya 24 ya Primus Ligue iragiye hatsinzwe ibitsindo 25 bingana n’ivyinjiye, murivyo bitso mirongo ibiri na bitanu vyinjiye Les Jeunes Athletics yatsinzwemwo ibitsindo icumi (10), ukaba ariwo mugwi ukomerekejwe cane niyindwi ya 24 ya Primus Ligue.
#Burundi: Amakuru y’inkino: 02-04-2018 Audio kuri Journal #MagaraTimes
Eden Hazard ninde? Waruziko se wiwe yari umuririmvyi? Waruziko nyina wiwe yakinye umupira wamaguru afise inda yiwe? Warubizi ko Eden Hazard umwana wiwe wa mbere ar’Igitwarire? Waruziko Eden Hazard afise ubushimwe bwinshi butandukanye? 👉Sobanukirwa kubijanye n’ubuzima bwa EDEN Hazard. Mukiganiro mw’ateguriwe na Magaratimes. Mugishikirizwa na Ismaïl KWIZERA (Nahodha)
Vital’o FC: Ihangiro Si Primus Ligue
« Source: WhatsApp Group » Amakuru dukesha umugwi wa Vital’o avuga ko uyo mugwi utagifise ihagiro ryo gutwara igikombe ca Primus Ligue c’uyu mwaka w’inkizo za FFB mu Burundi. Ivyo bivurwa na Jean Gilbert Kanyenkore, Umumenyereza w’umugwi wa Vital’o FC, akaba yashikirije ivyo kuruyu wa gatatu inyuma yo kunganya ubusa ku bundi (0-0) n’umugwi wa LLBS4A mu ndwi ya 21 ya Primus Ligue k’urukino rwabereye kukibuga c’itiriwe Ivyizigiro. Jean Gilbert Kanyenkore ati: « ikipe zose ntizishobora kuba izambere. Lydia Ludic ibaye iyambere tukaba aba kabiri canke aba gatatu ntakibi. Nasanze ikipe ahantu gusa ico ntashaka nuko ikipe isubira inyuma, twigiye imbere tukaba aba kabiri canke aba gatatu ntakibi ntagipfa. » Kanyenkore akamenyesha ko ahanini ihangiro Umugwi wa Vital’o FC ufise niryo gutahukana igikombe citiriwe ic’Umukuru w’Igihugu. Kanyenkore, ubu ari nawe ari umumenyereza mukuru w’umugwi wa Vital’o FC aheruka gukaruka muruyo mugwi mu minsi ya vuba aho yaramaze iminsi itari mike ari mu gihugu c’u Rwanda. Aho naho akaba yarabaye umumenyereza w’imigwi itandukanye imbere yuko afata ingingo yo kugaraka mu Burundi mu mugwi wa Vital’o FC ari nawe amaze kuwumenyereza mu kiringo kitari gito muri kahise ka hafi k’uwo mugwi ukinira mu mahiganwa yo mu cicaro ca mbere mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, FFB. « Jewe ihangiro si gikombe ca Primus ligue cane cane, mugabo twese twatanguye dufise amahirwe, ariko ihangiro dufise nugutahukana igikombe c’Umukuru w’Igihugu, niryo hangiro cane cane tuzoshira imbere inguvu hamwe n’iyindi migwi twese turagikeneye mugabo biracashoboka », ukwo akaba ariko yabandanije avuga Jean Gilbert Kanyenkore, umumenyereza mukuru wa Vital’o FC, umugwi usigaye ukinira inkino zo kwakira ku kibuga citiriwe Ivyizigiro co mu Ntara ya Rumonge. Mwomenyako Vital’o FC ifise ikibanza ca 4, n’amanota mirongo itatu n’atanu (35), n’inkino mirongo ibiri (20). Umugwi wa Vital’o ukaba usigaje gukina inkino icumi (10) muri rino higanwa ry’uno mwaka rya ryitiriwe ikinyobwa ca Brarudi « Primus » kandi rikaba rishigikirwa ahanini niryo shirahamwe nyene Brarudi rihingura ibinyobwa bitandukanye kandi benshi bakunda mu Burundi, iryo higanwa narya rikaba ariryo bita « Primus Ligue » mu rurimi rw’Igifaransa.
#Burundi: Amakuru y’inkino: 07-03-2018 Audio kuri Journal #MagaraTimes
Magara Times Sport. Amakuru avurwa hano Iwacu gusa. Primus Ligue indwi 21. Umumenyereza wa Llb nubwo anganije ngo aracari uwambere ngo kandi Messager Ngozi bariko bayihuza n’imigwi iciriritse.
Primus ligue ibibuga birahindutse mu ndwi ya 21.
« Copyrights: FFB » Kuva aho ikibuga c’umuganwa Rudoviko Rwagasore cugariwe kugira ngo gisubirwemwo gushasha ivyo bitumye imwe mu migwi yahora isanzwe yakirira kurico kibuga ahanini imigwi y’ibujumbura igiye kuza irakirira ku bibuga vyo mu ntara zegereye igisagara ca Bujumbura. Imwe mu riyo migwi y’ibujumbura izokwama yakirira inkino zayo 10 zisigaye za Primus Ligue i Buganda mu ntara ya Cibitoke ku kibuga citiriwe Urunani iyindi mu ntara ya Rumonge ku kibuga citiriwe Ivyizigiro. Mu ndwi ya 21 ya Primus Ligue uko imigwi izohura naho izohurira bikaba bitegekanijwe uku gukurikira. Ku Wagatatu itariki 07 Ntwarante 2018. I Buganda: 13h30 Messager bujumbura vs Messager Ngozi. 15h30 Bujumbura City vs Aigle Noir. Ivyizigiro: 13h30 Delta Star vs Atletico Olympic. 15h30 Vital’O FC vs LLBS4Africa. I Gitega:  15h00 Musongati FC vs Flambeau du Centre. Ku musi wa Kane itariki 08 Ntwarante 2018. I Buganda: 13h30 Inter stars vs Les jeunes Athletics. 15h30 Les lierres vs Ngozi city. Mwomenyako murindwi ya 21 ya Primus Ligue urukino rwar guhuza umugwi wa  Flambeau de l’est na Olympic star nirwo rukino rwonyene rutazokinwe   imvo nuko Olympic star izoba iriko irakina urukino rwa coupe de la confederation na Al Hilal  yo mugihugu ca Soudan kwigenekerezo 07 Ntwarante uno mwaka nyene i Ngozi ku kibuga citiriwe urukundo mugihe urwo rukino rwari rutegekanijwe kuriryo genekerezo nyene.   Amashusho: FFB.
#Burundi #Rwanda: Ngando Omar na mukuru wiwe basinye muri Al Bishair wo muri Oman.
Umurwi wo mu cicaro ca mbere mugihugu ca Oman wa Al Bishair wasinyishije abavukanyi babiri, umwe n’umurundi Ngando Omar asanzwe ari bitumwako no mu murwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba Murugamba hamwe na mukuru wiwe Ally Niyonzima wewe asanzwe akinira umurwi nserukiragihugu w’Urwanda nkuko vyandikwa n’umumenyeshamakuru Jean Luc Imfurayacu akorera Radio 10 yo mugihugu c’Urwanda. Ngando omar hamwe na Ally Niyonzima
bakaba bansinye amasezerano y’umwaka umwe gusa yo gukinira uwo murwi wa Al
Bishair wo mugihugu ca Oman.
#Burundi #PrimusLigue: Messager Ngozi FC vs Vital’O FC, Inter Star vs Aigle Noir zimwe mu nkino zitegekanijwe mundwi ya gatandatu.
Indwi ya 6 ya Primus League Burundi iraza gutangura uno munsi aho hategekanijwe inkino zishika kuri 2 kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 13/09/2019 Stade Intwari : 13h00 : Les Lierres vs Bumamuru 16h00 : Atletico Academy vs Kayanza United 14/09/2019 Stade Urukundo : 15h00 :
Messager Ngozi vs Vital’o Stade Intwari : 13h00 : Inter Stars vs Aigle Noir 16h00 : Rukinzo vs Flambeau du centre 15/09/2019 Stade Intwari: 13h00 : BS Dynamic vs Olympic Star 16h00 : Bujumbura City vs Musongati Stade Urukundo : 15h00 : Ngozi City vs LLB
#Tanzania #Football: Etienne Ndayiragije ngo n’umuti uvura indwara zikomakomeye.
Etienne Ndayiragije umumenyereza w’imfata kibaza w’umurwi nserukiragihugu wa Tanzania Taïfa Stars ngo n’umuti w’indwara zikomakomeye kandi ngo nukuwukoresha neza kugira ngo ubafashe. Ayo namwe mu majambo dusanga mu vyapa vya bamwe mubakunzi b’umurwi nserukiragihugu wa Tanzania bahayagiza uyo mumenyereza w’umurundi. Ivyo bakaba
bavyanditse inyuma yaho Taïfa Stars umurwi nserukiragihugu wa Tanzania usezerereye Intamba Murugamba umurwi
nserukiragihugu w’Uburundi kuri penalty (3-0) inyuma yo kunganya (1-1) murukino
rwogusubiriza rwabereye muri Tanzania kuri « Uwanja wa Taïfa » mugihe
kandi no murukino rwa mbere ivyo bihugu vyose vyaranganije (1-1) murukino
rwabereye ku « Kibuga Intwari » muri zankino zo kuronde itike
z’igikombe c’isi yose ca 2022 kizobera mugihugu ca Qatar.
#Burundi  #Football: Iddy Museremu abaye uwambere aronse ibitsindo bitatu.
Murukino umurwi wa Messager Ngozi FC wanyagiye Les Lierres FC ibitsindo (6-0), umusatirizi wayo wo kuruhande Iddy Museremu yinjije ibitsindo bitatu (3) wenyene murivyo bitsindo (6). Iddy Museremu aciye aba umukinyi wa mbere atsinze
ibitsindo bitatu muri uno mwaka w’inkino 2019-2020. Mu mwaka w’inkino uheze 2018-2019 ibitsindo bitatu
(Hat-trick) vyatanguye kwinjizwa n’umukinyi yahora akinira umurwi wa Rukinzo FC
ubu abarizwa mu murwi wa Olympic Star Nihorimbere Arsene.
#Tanzania #Football: Vivier Bahati yahora muri Zimbabwe gukora iki?
Mugihe hasigaye iminsi umunani (8) kugira ngo umurwi wa Azam FC wo mugihugu ca Tanzania ngo utane mu mitwe n’umurwi wa Triangle United wo mugihugu ca Zimbabwe mugikombe ca Confederation Cup, Vivier Bahati icegera c’umumenyereza wa Azam FC yahora mu rugendo rwakazi muri mugihugu ca Zimbabwe aho yaragiye kuraba ukugene Triangle United ukuna mu ntumbero yo kuwitegurira neza urwo rukino. Mukwitegurira urwo
rukino kandi ngo nuko umurwi wa Azam FC ngo
nuko umaze no kuronka video y’urukino rwo gusubiriza Triangle FC watanye mu
mitwe na Rukinzo FC rwabereye I Bujumbura ku kibuga Intwari aho banganije (0-0)
ariko urwa mbere Triangle United ukaba waratsindiye Rukinzo FC hariya i
Bulawayo (5-0). Azam FC umenyerezwa
n’abarundi, Etienne Ndayiragije nk’umumenyereza mukuru hamwe n’icegera ciwe
Vivier Bahati nawo nyene ukaba warakuyemwo umurwi wa Kenema Fasil wo mugihugu
ca Ethiopia (3-1 i Dar Es Salam 1-1 i Addis -Ababa).
#FCBarcelona #Football: Leo Messi arashobora kuva muri Barcelona mu mpera z’umwaka w’inkino. Piqué aravyemeza.
Ikinyamakuru
El Pais canyeguruye yuko Leo Messi yari kuva muri FC Barcelona kubuntu
akimukira muwundi murwi uyu mwaka w’inkino wa 2019-2020, ngo ntaho agifitaniye
amasezerano na Barca gushika 2021. Igituma ngo
nuko Messi afise uburenganzira bwihariye bwo kuva muri FC Barcelona igihe cose
avyifurije ndetse n’abakinyi bagenziwe bakaba basanzwe babizi. Mu kiganiro
Gerrard Piqué yahaye Cadena Ser nawe nyene aravyemeza ko asanzwe abizi ko
kizigenza wa FC Barcelona, Leo Messi umwaka uwariwo wose afise ubwo
burenganzira bwo kuva muri FC Barca igihe icarico cose avyipfurije.
#Burundi #Football: Amazina y’Abamenyereza b’Imirwi ikina Primus Ligue.
Imirwi isanzwe ikina icicaro ca mbere arico Primus League Burundi ni 16 ikaba imenyerezwa na bamenyereza bitandukanye nabo bonyene bakaba ni 16, batandatu (6) muribo basanzwe bafise impapuro z’umutsindo zo kurwego rwa Afrika (Licence A) zitangwa n’ishirahamwe ry’umupira wa maguru muri Afrika CAF abo nabo naba bakurikira: Ayandi mazina y’abamenyereza bamenyereza imirwi ikina Primus League umwe mu rabo akaba afise urupapuro rw’umutsindo B, C na D: -Ingabire Saidi Marcus (Athletic Academic)  yarakoze ikibazo ca Licence C inyishu ntiraboneka ko yamenye. -Patrick Nshimirimana (Bumamuru FC)  yarakoze ikibazo ca Licence C inyishu ntiraboneka ko yamenye.  -Cungu Lambert (Lydia Ludic Sports for Africa Licence D). -Jean Gilbert Kanyenkore Yaoundé (Vital’O FC Licence
B) -Manirakiza Eric (Ngozi City Licence C) -Nkurunziza Djumaine (Musongati FC Licence C) -Nahimana Hussein Wello (Olympic Star Licence C) – Aimé Nzohabonayo (Kayanza United Licence D) -Robert Bimenyimana (Inter Star Licence C) – Papi Sadi (BS Dynamic Licence D)
#Burundi #PrimusLigue: Musongati FC vs Inter Star, LLB vs Vital’O FC ni zimwe mu nkino zindwi igira gatanu.
Mumpera zino ndwi ihiganwa rya Primus League Burundi rizobanda aho rizoba rigeze mundwi yaryo igira gatanu. Inkino zitegekanijwe, umunsi, amasaha hanwe n’ikibuga zizoberako nazo nizi zikurikira: Igenekerezo ry’7 Nyakanga 2019. 15H00 Ingoma:
Flambeau Du Centre vs Athetico Academic. 15H00 Umuco:
Olympic Star vs Ngozi City. 15H00
Urukundo: Messager Ngozi FC vs Les Lierres FC. 15H00 Intwari: Bumamuru FC vs Bujumbura City. 15H00 Urumuri: Aigle Noir vs BS Dynamic. Igenekerezo ry’8 Nyakanga 2019. 13H30
Intwari: Rukinzo FC vs Kayanza United
16H00 Intwari: LLB vs Vital’O FC.
15H00 Ingoma: Musongati FC vs Inter Star.
#Burundi #Football: Rukinzo FC ikoze remontada hari abayemereye ubushimwe.
Inyuma yo gutsindwa ibitsindo (5-0) n’umurwi wa Triangle FC wo mugihugu ca Zimbabwe murukino rwa mbere rwa coupe de la confédération, umurwi wa Rukinzo FC niwaramuka ukoreye remontada Triangle FC murukino rwo gusubiriza ruzokinwa kuri uyu wa gatandatu ku kibuga Intwari wemerewe amafaranga numuworongoye umurwi wa Messager Ngozi hamwe n’umumenyeshamakuru wa Radio TV Buntu y’i Ngozi. Uwurongoye umurwi wa Messager
Ngozi FC Dieudonne Ntibarutaye yemereye umurwi wa Rukinzo FC ko mugihe wotsinda
ugakuramwo umurwi wa Triangle FC azoca awuha agashimwe k’amafaranga angana
(600.000FBU) akaba yabivugiye mu kiganiro c’inkino « Viva Sport » gica
kuri Radio TV Buntu aho yarungikiye ubutumwa bugufi umumenyeshamakuru yariko
arakoresha ico kiganiro Elie Haragakiza. Uyo mumenyesha makuru nawe yenye akaba yemereye umurwi
wa Rukinzo FC agashimwe k’amafaranga angana (300.000FBu) mugihe boramuka
basezere Triangle FC mugutsinda ibitsindo (6-0) remontada. Ubwo bushimwe burashobora guha inguvu abakinyi ba
Rukinzo FC baherutse kuvuga ko Triangle FC atabwoba ubatera naho wabatsinze
(5-0) muri Zimbabwe?
#Burundi #Football: Inyuma yokurya amafaranga y’imirwi ntibariko baroroherwa gukina Primus League.
Ihiganwa rya Primus League 2019-2020 riza ryaramaze gutangura aho inkino zibiri arizo zimaze gukinwa ku mirwi imwimwe ariko igitangaje nuko Amissi Hemed batazira « Kandolo », Chris Ndikumana hamwe na Ndizeye Thomson Seif batarakina urukino na rumwe mu mirwi baguzwemwo bivanye nuko bagirizwa kurya amafaranga y’imirwi itandukanye. Amissi Hemedi  » Kandolo » aherutse kugurwa n’umurwi wa Flambeau Du Centre avuye muri Musongati FC nta rukino na rumwe rwa Flambeau du Centre arakina bivanye nuko ata burenganzira iramuha bwogukinira uyo murwi kuko wari waramuhaye amafaranga imbere yo kwimukira muri Flambeau Du Centre. Chris Ndikumana nawe nyene nta rukino na rumwe arakinira umurwi wa Musongati FC muri zibiri umaze gukina bivanye nuko uyo murwi woba utarasubiza amafaranga uyo mukinyi yariye ya Olympic Star yari yasinyiye amasezerano y’umwaka umwe imbere yo kugaruka muri Musongati FC. Ndizeye Thomson Seif naho Vital’O FC umurwi yagiyemwo utarakina urukino na rumwe kuva ihiganwa ritangura ngo nta rukino azokina atabanje gusubiza amafaranga ya Kayanza United wari wamuhaye imbere yo guca ahindura aja muri Vital’ O FC nkuko muri Kayanza United babivuga. Uwundi
mukinyi urubanza rwiwe rumaze gutorerwa umuti ni Djuma Simpo yaragiye gukinira
BS Dynamic adafise uruhusha rw’umurwi wiwe wa Magara Star FC ariko munyuma iyo
mirwi ica ija hamwe irumvikana ubu uyo mu nyagitaza akaba afise uburenganzira
bwogukinira BS Dynamic.
#ManchesterUnited: Paul Pogba vyoba birangiye ivyogutera penalty!
Inyuma yoguhusha penalty mugice ca kabiri c’urukino Manchester United yanganije n’umurwi wa Wolverhampton (1-1) murukino rw’indwi ya kabiri y’ihiganwa ryo mu Bwongereza Premier League, Paul Pogba ngo vyoba birangiye kuriwe ivyo gutera ama penalty muri Manchester United. Ikinyamakuru The Sun kivuga ko umumenyereza wa
Manchester United Ole Gunnar Solskjaer yoba yarabwiye abakinyi biwe ko umukinyi
azotera ama penalty nuko aba yatowe kare urukino
rutaraba. Ico kinyamakuru nyene cabandanije kimenyesha ko uwo
mumenyereza yoba yatoye Marcus Rashford ko ariwe azoza aratera ama penalty
#Juventus: Cristiano Ronaldo ntatahura amafaranga asigaye agura abakinyi!
Mugihe yaramaze imyaka itari mike ariwe akiri uwa mbere mubakinyi baguzwe amafaranga menshi ava muri Manchester United yimukira muri Real Madrid kumiriyoni 94 zamanyaburaya hari muri 2009, Cristiano Ronaldo w’imyaka 34 ntatahura uko imirwi isigaye igura abakinyi amafaranga menshi aho we abonako ivyo bidafise insiguro.   « Ubu umukinyi wese afise agaciro k’imiriyoni 100M€ mugihe ata kintu nakimwe yerekanye. Hasigaye hari amafaranga menshi mu mupira wamaguru. Umukinyi w’inyuma canke umunyegori ngo bagurwa imiriyoni 70M€ canke 80M€ jewe ntavyo nshigikiye » Ivyo CR7 akaba yabivugiye kumboneshakure ya TVI.    Ronaldo ntiyagarukirije ngaho yamenyesheje kandi uko abibona kuruhande rwiwe aho yagize ati :  « Iyo nari kuba mfise imyaka 25 hama umunyegori akaba agurwa imiriyoni 70M€ mugihe uyo mukinyi yoba yarakoze ivyo nakoze mu myaka iheze yosaba incuro zitatu canke zine zayo mafaranga kandi bazoyamuha bitagoranye »
#FCBarcelona: Griezmann ntashobora kuronka inimero 7!
Naho Philippe Coutihno yahora yambara inimero 7 aherutse kuva mu murwi wa FC Barcelone atijijwe muri Bayern Munich, Antoine Griezmann ntashobora kuzoca ahabwa iyo nimero asanzwe akunda cane yahora yambara Coutihno. Igituma nuko hari itegeko ryo muri La Liga risaba ko umukinyi yambara inimero imwe rudende yatanguriyeko kwambara murukino rwa mbere rw’ihiganwa rya La Liga gushika rirangire. Uyo mukunyi wa kera wa Atletico Madrid yambara inimero 17 muri FC Barcelone. Antoine Griezmann akaba
yaratanguye gukinira FC Barcelone murukino rwa mbere watsinzwe na Athletic
Bilbao (1-0).
#Burundi #Belgique #Football: Saido Berahino yatanguye neza muri Zulte Waregem!
Saido Berahino kizigenza w’Intamba Murugamba yaraye yinjirije umurwi wiwe mushasha wa Zulte Waregem igitsindo kimwe muri bibiri ku busa (2-0) Zulte Waregem waraye utsinze umurwi wa Genk mu rukino rw’indwi igira gatatu yo mw’ihiganwa ryo mugihugu c’Ububirigi. Berahino
kuri uyu wa gatanu niho yaguzwe yasinye amasezerano yo gukinira Zulte Waregem
hanyuma kuri uyu wa gatandatu umumenyereza Frank Dury aramutanguza mukibuga nawe amutsindira igitsindo ca
kabiri ku munota wa 78′ mugihe Zulte Waregem wari usanzwe ufise igitsindo kimwe
cari cinjijwe kare na Bjordal ku munota wa 6′ urukino rurangira Zulte Waregem
uronse amanota yayo atatu ya mbere kuko mu nkino zibiri ziheruka uyo murwi
ntiwari bwatsinde urukino narumwe. Saido Berahino
akaba yatanguye neza muruyo murwi wiwe mushasha aho ni mugihe atari aherutse
kwinjiza igitsindo mu nkino zemewe n’amategeko kuko aherutse kwinjiza igihe
Intamba Murugamba zanganije na Gabon (1-1) i Libreville.
#Burundi #Belgique : Kizigenza w’Intamba Murugamba Saido Berahino yaraye asinye muri Zulte Waregem.
Inyuma yo kugeragezwa mu murwi wo mucicaro ca mbere mu gihugu c’Ubufaransa muri Nîmes Olympique biranka, Saido Berahino yahavuye ahabwa amasezerano yo gukinira umurwi wo mucicaro ca mbere mugihugu c’Ububirigi Zulte Waregem. Berahino
akaba yasinye amasezerano y’imyaka ibiri ariko ashobora kwongerezwa uwundi
mwaka umwe. Zulte Waregem ikaba itatanze amafaranga mu kumugura kuko Stoke City umurwi Berahino yahora akiniramwo wari wamaze
kumenyesha ko wahagaritse amasezerano warufitaniye nuyo mukinyi kuva aho
sentare yo mugihugu c’Ubwongereza imwagirije icaha co kugendesha imodoka
yaborewe. Zulte Waregem ubaye umurwi wiwe ugira gatatu Berahino agiye kubandanirizayo ivyo gukina umupira wa maguru inyuma ya Stoke City na West Bromwich yo mugihugu c’Ubwongereza. Glad to finally put pen to paper!! New challenge ahead!! Big thanks to @ESSEVEELIVE for showing the belief in me and also the love and support from the fans❤️Special thanks to @syncglobalsport pic.twitter.com/y0MmOhnSI0
#Burundi #Kenya #Football : Justin Ndikumana yasinye muri Bandari FC.
Umunyegori w’umurundi asanzwe agira kabiri mu murwi nserukiragihugu Intamba Murugamba, Justin Ndikumana yasinye amasezerano yo gukinira umurwi wa Bandari FC wo mugihugu ca Kenya. Justin
Ndikumana yasinye amasezerano y’imyaka ibiri yogukinira Bandari FC usanzwe
ukina icicaro ca mbere muri Kenya (Kenya Premier League). Twobibutsa yuko, Justin Ndikumana mu mwaka uheze w’inkino yahora asamira umurwi wa Sofapaka FC wo murico gihugu nyene ca Kenya aho Sofapaka FC warangije uri mukibanza ca gatatu.
#Burundi #Football: Umurwi wa Royal FC wahaye akazi umumenyereza Harerimana Innocent batazira « Kambaranga ».
Umurwi wa
Royal FC wo mu ntara ya Muramvya usanzwe ukina icicaro ca kabiri mu Burundi,
Ligue B wahaye akazi umumenyereza Harerimana Innocent batazira  »
Kambaranga » kuva kuri uyu wa mbere. Royal FC ukaba wamusinyishije amasezerano yo kuwumenyereza y’imyaka ibiri aho agiye gusubirira umumenyereza Rodriguez yahora amenyereza uyo murwi mu mwaka w’inkino uheze. Harerimana
Innocent batazira « Kambaranga » ninde? Avuka mubumanuko bw’Igihugu c’Uburundi mu ntara ya Makamba, amaze kumenyereza imirwi itandukanye nka Rumonge City wo mu ntara ya Rumonge usanzwe ukina icicaro ca kabiri. Kambaranga niwe yadugije umurwi wa Butare City w’i Makamba mu cicaro ca kabiri Ligue B nawo ushima kugurisha ikibanza kuri Buhumuza yo mu ntara ya Cankuzo.
#Burundi #Football: Thierry Nimubona  Shombe yeretswe umuryango wogusohoka muri Inter Star, Robert Bimenyimana nawe yinjira.
Umurwi wa Inter Star wirukanye umumenyereza Thierry Nimubona
batazira « Shombe » ushima guha akazi umumenyereza wa kera wa Transport
FC Robert Bimenyimana. Icatumye  Inter Star itandukana na Shombe ntikiramenyekana   tukaba tukiriko turarondera impande zose kugira ngo twumve icabitumye. Twobamenyesha yuko, Thierry Nimubona batazira ‘Shombe’ yirukanywe ata n’ukwezi aramara muri Inter Star mugihe Robert Bimenyimana nawe hambavu yokuba yaramenyereje Transport FC, yaramenyereje kandi umurwi wa Inter Star awushikana mukibanza  c’idenda mu mwaka  w’inkino wa 2017-2018 imbere yo kuja mu gihugu ca Somalie mukazi k’Igihugu kuko asanzwe ari umusirikare yamenyereje kandi umurwi wa Rumonge City.
#CHAN2020:Uburundi buzohura na Uganda inyuma yo gusezerera Soudan y’epfo.
Inyuma yogutsinda umurwi nserukiragihugu wa Soudan y’epfo i
Bujumbura (2-0) nubu Intamba Murugamba zarasubiriye gutsinda Soudan y’epfo
hariya mugihugu c’Ubuganda ku kibuga ca Lugogo Stadium (2-1). Umurwi nserukiragihugu wa Soudan y’epfo niwo watanguye kuronka igitsindo ndetse igice ca mbere kirangira ariwo ufise (1-0) bw’Intamba Murugamba, abasore ba Olivier Niyungeko binjira mugice ca kabiri bafise ishaka baronka ibitsindo bibiri babikesheje Iddy Museremu hamwe na Olivier Dusabe urukino rurangira Intamba Murugamba zitahukanye intsinzi (2-1) mu nkino zibiri zose Intamba Murugamba zikaba zaronse intsinzi (4-1). Intamba Murugamba zizoca zihura n’umurwi nserukiragihugu wa
Uganda wo uheretse gusezerera umurwi nserukiragihugu wa Somalie (7-1) mu nkino
zose zibiri.
#Burundi #Football: Aigle Noir ihejeje gutahuka igikombe ca Super Cup.
Umurwi wa Aigle Noir The Fighters uhejeje gutsinda umurwi wa Rukinzo FC ibitsindo (2-0) murukino rwa Super Cup rwabereye i Gitega ku kibuga Ingoma mu gikombe gihuza imirwi yatahukanye ibikombe mu Burundi naho Rukinzo FC atagikombe yatahukanye ariko niwo wakinye urukino rwanyuma rw’igikombe citiriwe umukuru w’Igihugu (Coupe du Président) utsindwa na Aigle Noir (3-1) niwo wari ufise uburenganzira bwo gukina na Aigle Noir muri Super Cup. Ibitsindo vya Aigle Noir vyinjijwe na Kasongo Benjamin mugice ca mbere, mugice ca kabiri umukinyi wa Aigle Noir aronka ikarata zibiri z’umuhondo asiga mukibuga bagenziwe badakwiye mukibuga ariko ntivyabujije ko Aigle Noir ironka ikindi gitsindo ca kabiri cinjijwe na Cédric Titi Mavugo. Inyuma yico
gikombe Aigle Noir the Fighters ikaba irumanije ibikombe 4 utahukanye uno mwaka
w’inkino uheze harimwo ica Primus Ligue, icitiriwe umukuru w’Igihugu, igikombe
c’ubumwe hamwe nico ca Super Cup.
#Argentine: Messi yahagaritswe amezi atatu!
Inyuma yo kwagiriza ishirahamwe ry’umupira wa maguru ryo muri Amerika y’epfo CONMEBOL ko rirangwamwo igiturire hamwe no kwifatira mugahanga umuhagarikizi munkino za Copa Amerika, Lionel Messi umunya Argentine akaba kandi umusatirizi wa FC Barcelone yafatiwe ibihano niryo shirahamwe harimwo n’ihadabu. Kizigenza wa Albiceleste na FC Barcelone, Leo Messi w’imyaka 32 yahagaritswe kudasubira gukinira umurwi wiwe nserukiragihugu wa Argentine ikiringo c’amezi atatu hamwe n’ihadabu ry’ibihumbi mirongo itanu vya madorari y’abanyamerika (50.000 $) ivyo bihano bikaba bitanguye gushirwa mungiro kuri uyu wa gatandatu. Leo Messi
azosiba inkino 3 zakivandimwe umurwi wiwe nserukiragihugu wa Argentine uzotana
mu mitwe n’ibihugu nka: Chili igenekerezo ry’5 Nyakanga, Mexique igenekerezo
ry’10 Nyakanga hamwe na Allemange igenekerezo ry’9 Gitugutu. Twobamenyesha
yuko Leo Messi hamwe n’ishirahamwe ry’umupira wa maguru muri Argentine (AFA)
bafise iminsi 7 bashobora kwitwara kugira ngo babarenganure.
#Burundi #USA #Football: Kanakimana Bienvenu yaraye atsindiye Altanta United 2 Hat-trick.
Umusatirizi
w’umurundi Kanakimana Bienvenu akinira umurwi Atlanta United 2 wo mucicaro ca
kabiri muri reta zunze ubumwe z’Amerika yaraye atsindiye umurwi wiwe ibitsindo
bitatu (Hat-trick) mu bitsindo (4-2) Atlanta United waraye utsinze Loudoun
United FC. Uyo musatirizi wa kera wa Aigle Noir aciye akwiza ibitsindo 8 inyuma yaho aherutse gutorwa nk’umukinyi yaranze indwi iheze muri USL Championship.
#CHAN2020: Olivier Dusabe na Nshimirimana Jospin nibo baraye bafashije Intamba Murugamba gutsinda Soudan y’epfo.
Munkino za mbere zo gukurakuranamwo mukurondera itike yo kuja muri CHAN 2020 n’igikombe c’Afrika kubakinyi basanzwe bakinira muhira gusa, Intamba Murugamba kuri uyu wa gatandatu zaraye zitsinze Soudan y’epfo ibitsindo (2-0) hari ku kibuga Intwari Stadium i Bujumbura. Igice ca mbere c’urwo rukino carangiye imirwi yose inganya inguvu (0-0) ariko mugice ca kabiri abasore ba Olivier Niyungeko baza bafise ishaka ryo kuronka igitsindo niko guca baronka ibitsindo bibiri vyinjijwe na Olivier Dusabe hamwe na Jospin Nshimirimana. Twobamenyesha yuko Intamba
Murugamba nizatsinda kandi Soudan y’epfo murukino rwogusubiriza ruzoba mu ndwi
iza zizoca zihura hagati y’umurwi nserukiragihugu wa Somalie na Uganda yaraye
itsinze Somalie (1-3).
#Juventus: Cristiano Ronaldo yari yagirijwe gufata kunguvu, yejejwe na sentare
Umusatirizi wa Juventus akomoka mu gihugu ca Portugal, Cristiano Ronaldo yari yagirijwe n’umupfasoni wumunyamerika Kathryn Mayorga w’imyaka 35 ko yamufashe kunguvu yaraye yejejwe nubutungane nkuko  vyashikirijwe n’umushikirizamanza wurwo rubanza kubera ata vyagiriji bifashe vyashoboye gutangwa. Twobibutsa yuko uwo mupfasoni
yari yavuze yuko Cristiano Ronaldo
yamufashe kunguvu mucumba ca Hotel yo muri Las Vegas mu mwaka w’2009.
Tukabamenyesha yuko CR7 yagumye ahakana ivyo yagirizwa.
#Burundi #Rwanda #Football: Amars Akbar Niyongabo niwe yahawe amabanga yo kumenyereza umurwi wa Musanze FC.
Inyuma yaho Ismaïl Jean Marie Nduwantare aherewe amabanga yo kumenyereza umurwi wa Gicumbi FC wo mugihugu c’Urwanda, uwundi mu menyereza w’umurundi ariwe Amars Akbar Niyongabo yahawe amabanga nawe yo kumenyereza umurwi wa Musanze FC wo murico gihugu nyene. Murayo mabanga Amars Akbar Niyongabo yahawe yo kumenyereza
umurwi  wa Musanze FC nuko bivurwa
ko  uyo murwi wahora uharonderamwo uwundi
mu menyereza w’umurundi ariwe Vivier Bahati yahora amenyereza Les Lierres FC
ariko  ngo ibiganiro vyabo ntivyagenze
neza niko guca biyumvira kuzana Amars Akbar Niyongabo yahora amenyereza umurwi
wa Bukavu Dawa wo muri RDC Congo. Twobamenyesha yuko Amars Niyongabo asanzwe afise urupapuro
rw’umutsindo A rutangwa n’ishirahamwe ry’umupira wa maguru muri Afrika CAF
akaba yarigeze kuba icegera c’umumenyereza Adel Amrouche mu murwi
nserukiragihugu wa Kenya Harambe Stars.
#Burundi #Football: Kashindi Joseph yasinye mu murwi wa Rukinzo FC.
Umukinyi wo kuruhande rw’iburyo w’Intamba Murugamba yahora akinira mu mwaka uheze w’inkino  umurwi wa Musongati FC w’i Gitega, Kashindi Joseph yasinye amasezerano yogukinira umurwi w’igipolisi c’Uburundi Rukinzo FC. Kashindi Joseph akaba yasinye amasezerano y’imyaka ibiri
nuwo murwi uzoserukira Igihugu c’Uburundi mu nkino za coupe de la
confédération. Rukinzo FC ubaye umurwi ugira gatanu wa hano iwacu mu
Burundi Kashindi Joseph agiye kubandanyirizamwo ivyo gukina umupira wamaguru
kuko yaraciye kandi mu mirwi ya Inter Star, Lydia Ludic,  Vital’O FC, hamwe n’umurwi wa  Musongati FC.
#Burundi #USA #Football: Kanakimana Bienvenu yatsindiye  ibitsindo bibiri Atlanta United 2 murukino wanganije na Charlotte Independance.
Umusatirizi wo kuruhande rw’ibubamfu w’umurundi asanzwe akinira umurwi wa Atlanta United 2 wo mucicaro ca kabiri muri reta zunze ubumwe z’Amerika mw’ihiganwa rya USL Championship, Kanakimana Bienvenu yaratsindiye uyo murwi wiwe ibitsindo  bibiri vyose murukino wanganije (2-2) n’umurwi wa Charlotte Independance. Kanakimana
Bienvenu akaba ariwe yatanguye kugomborera Atlanta United 2 igitsindo ndetse
arinjizamwo n’ikigira kabiri hama Charlotte Independance irakigombora urukino
rurangira ari ibitsindo (2-2) hama Kanakimana Bienvenu atorwa n’umurwi
wiwe  nk’umukinyi yigenjeje neza gusumba
abandi  mururwo rukino. Twobibutsa yuko uwo musatirizi wa kera w’umurwi wa Aigle
Noir The Fighters urwo rukino rubaye urwa kane
akinira Atlanta United 2 akaba amaze kwuwinjiriza ibitsindo bibiri.
#Burundi #Football: Naho ari mu murwi wa Rukinzo FC asaba abakunzi ba Vital’O FC kubandanya bamukunda.
Umusatirizi wa kera wa Vital’O FC Ally Shabani ubu abarizwa mu murwi wa Rukinzo FC asaba abakunzi b’umurwi wa Vital’O FC kubandanya bamukunda nkuko bahora bamukunda akiri muri Vital’O FC akaba yabasavye ivyo inyuma y’urukino rwakivandimwe hagati y’umurwi wiwe wa Rukinzo FC  n’Intamba Murugamba (2-2). Ally Shabani yavuze ko icatumye adasubira kuboneka  mu Burundi mukiringo c’imyaka ibiri yose
aruko yari yagiye kuramutsa umuryango wiwe muri Congo RDC.
#Burudi #Football: Inkino za kivandimwe zabaye mumpera yino ndwi, Aigle Noir yaratsinzwe, Musongati FC iratsinda, Olympic Star iranganya.
Imirwi itari mike ya hano iwacu irabandanya yitegurira ihiganwa rya Primus League Burundi ryo mu mwaka  winkino uza aho umurwi  wa Aigle Noir uzoserukira Uburundi muri CAF Champions League uri hariya mugihugu ca Tanzania watsinzwe na Kagera Sugar ibitsindo (3-0) hari kuri uyu wa gatandatu ku kibuga ca Azam Complexe. Umurwi wa Olympic Star nawo wanganije (2-2) na Flambeau Du Centre   murukino rwakiniwe ku kibuga Umuco i Muyinga kuri uyu wa gatandatu.  Kuri uyu
w’Imana naho hakinywe inkino 3 za kivandimwe. Musongati
FC watsindiye BS Dynamik ku kibuga cabo Ingoma ibitsindo (2-0), Messager Ngozi
FC nayo inganya  n’umukeba wayo Ngozi
City (2-2) mu rukino rwakiniwe ku kibuga Urukundo i Ngozi,  Rukinzo FC nawo u ganya n’Intamba Murugamba
(2-2) murukino rwakiniwe ku kibuga Intwari mugisagara ca Bujumbura.
#Burundi #Football: Intamba Murugamba zanganije na Rukinzo FC.
Muntumbero yo kwitegurira inkino z’igikombe c’Afrika kubakinyi basanzwe bakinira muhira (CHAN) ku Ntamaba murugamba, hamwe nokwitegurira kuzoserukira Uburundi mugikombe ca Coupe de la confédération muri Afrika k’umurwi wa Rukinzo FC, iyo mirwi ibiri yatanye mu mitwe kuri uyu w’Imana ku kibuga citiriwe Intarwi, maze iyo mirwi yose irangiza urukino  iganije  (2-2). Umurwi wa
Rukinzo FC niwo watanguye kuronka igitsindo kimwe mugice ca mbere usubira
kuronka n’ikindi gisindo mugice ca kabiri hama abasore ba Mutombora baza
kwivyukiranya mugice ca kabiri maze bagombora ibitsindo vyose ukwari bibiri
urukino rurangira imirwi yose inganije (2-2). Twobamenyesha
yuko mururwo rukino rwa kivandimwe hagati y’Intamba Murugamba na Rukino FC
hatanzwe amakarata abiri atukura, imwe yahawe
ikarata  kuruhande rw’Intamba
Murugamba imwe yahawe Sébastien mugice ca mbere iyindi ihambwa Faustin mugice
ca kabiri c’urukino.
#Espagne #RealMadrid: Mercelo avugako Neymar asumvya Eden Hazard.
Mugihe umurwi wa Real Madrid uri muri reta nzunze ubumwe za Amerika munkino zokwitegurira ihiganwa ryo mu mwaka uza w’inkino Marcelo w’imyaka 31 umukinyi wo kuruhande rw’ibubamfu wuyo murwi yagize ico ashikiriza kubijanye n’abakinyi umurwi wiwe urukino uragura hamwe no kukibaza ca Neymar mugihe vyoshika akagurwa na Los Blancos. Marcelo ntiyanse umwuzo wa Neymar muri Real Madrid mugihe vyoshika bakamugura ndetse Marcelo yamenyesheje ko uyo musatirizi wa Paris Saint Germain asumvya Eden Hazard aherutse kugurwa nuyo murwi umukuye muri Chelsea. Marcelo yagize ati : « Neymar n’umukinyi adahagarikwa mugihe umukinyi w’inyuma yotangura kwiyumvira uburyo bwo kumuhagarika nawe aba amaze kwiyumvira uburyo amucenga, biragoye kumuhagarika. Neymar tumuronse muri Real Madrid vyoba vyiza ariko si jewe mfata ingingo. Eden Hazard afise ubuhingi nka Neymar ariko Neymar wewe afise ubuhinga bwokuja murutonde rw’abakinyi 5 bambere kuri iy’isi kubwivyo rero ntushobora kugereranya Neymar na Hazard, kuri jewe Neymar niwe akomeye ». Ivyo akaba yarabishikirije mukiganiro yahaye ikinyamakuru Mundo Deportivo.
#Algérie : Zinedine Zidane yarungikiye ubutumwa umurwi nserukiragihugu wa Algérie inyuma yo gutahukana igikombe ca CAN 2019.
Zinedine Zidane yatahukanye igikombe c’isi yose 1998 arikumwe n’umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa (Les Bleus) ariko adahengeshanya kugaragaza urukundo afitiye Igihugu c’Algérie camwibarukiye abavyeyi biwe, kuri uyu wa gatandatu uyo mumenyereza wa Real Madrid yarungikiye ubutunwa bwo gukeza Les Fennecs ku gikombe baherutse gutahukana aho hari haheze imyaka 29 Algérie idatahukanye gutahukana ico gikombe, na cane cane Zinedine Zidane atura ico gikombe mukuru wiwe Farid aherutse kwitaba Imana. Zinedine Zidane abicishije kurubuga rwiwe rwa Instagram yagize ati : « Mukuru wanje Farid ategereza kuvyishimira! Ndakeje umurwi nserukiragihugu wa Algérie, iyo nintsinzi y’abene gihugu bose. Rimwe, kabiri gatatu ndabicishije muri Algérie. Nzobandanya nduza inyenyeri ya Algérie minsi yose y’ubuzima bwanje ».
#Africa #CAN2019: Urutonde rw’abakinyi 11 bigenjeje neza muri CAN rwasohowe na CAF.
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika CAF, ryasohoye urutonde rw’abakinyi icumi numwe bigenjeje neza munkino z’igikombe c’Afrika CAN 2019 cariko kibera mugihugu ca Misiri, igikombe giherutse gutahukanwa n’umurwi nserukiragihugu wa Algérie (Les Fennecs) utsinze umurwi nserukiragihugu wa Sénégal (Les Lions de la Téranga) (1-0). Muri runo rutonde rwasohowe na CAF dusangamwo abankinyi babiri gusa ibihugu vyabo bitakinye urukino rwanyuma rwa finale nabo, n’umunya Nigeria, Idion Ighalo ariwe yinjije ibitsindo vyinshi muriryo higanwa, ibitsindo 5 hamwe n’umukinyi w’inyuma umunya Tunisie Yassine Meriah abandi bose dusanga muri runo rutondo nabo ibihugu vyabo vyakinyi urukino rwa finale nabo naba bakurikira:  Mw’igori : Rais M’Bolhi (Algérie). Abakinyi b’inyuma: Lamine Gassama (Sénégal), Yassine
Meriah (Tunisie), Youssouf Sabaly (Sénégal), Kalidou Koulibaly (Sénégal). Abakinyi bohagati: Adlene Guediora (Algérie), Idrissa
Gana Gueye (Sénégal), Ismael Bennacer (Algérie). Abasatirizi:
Riyad Mahrez (Algérie), Sadio Mané (Sénégal), Odion Ighalo (Nigeria). Umumenyereza: Djamel Belmadi (Algérie)
#Africa #CAN2019: Umuhagarikizi w’urukino rwanyuma hagati y’igihugu ca Sénégal na Algérie yamenyekanye.
Inkuru iriko
iravugwa kurukino rwanyuma rw’igikombe c’Afrika CAN 2019 ruzohuza umurwi
userukiragihugu wa Sénégal (Les Lions de la Téranga) hamwe nuwa Algérie (Les
Fennecs) kuri uyu mwa gatanu igenekerezo rya 19 mukakaro 2019 igihe cisaha
21h00, nuko umuhagarikizi azohagarikira urwo rukino amaze kumenyekana. Umunyafrikayepfo Victor Gomes w’imyaka 36 niwe azohagarikira urwo rukino rwanyuma ruzohuza ivyo bihugu. Victor Gomes
yahagarikiye inkino zibiri gusa muri rino higanwa ririko rebera mugihugu ca
Misiri, urukino rwa mbere yahagarikiye mu matsinda n’urwa Misiri na RDC (2-0)
hamwe n’urwa Ghana na Tunisie mugice c’umunani gishira icanyuma (1-1, 4-5
penalty). Twobamenyesha
yuko Gomes yabaye umuhagarikizi mpuzamakungu yemewe n’ishirahamwe ry’umupira wa
maguru kw’isi FIFA mu mwaka wa 2011 akaba ari umuhagarikizi azwi kandi mukwanka
igiturire c’amadorari ibihumbi mirongo itatu (30.000$) yari yahawe muri 2018
murukino rwa coupe de la confédération rwahuza Plateau United na USM (2-1).
#Burundi #Rwanda: Umurwi wa Gicumbi FC wo mu Rwanda uzomenyerezwa n’umurundi.
Umurwi wa Gicumbi FC usanzwe ukina icicaro ca mbere mugihugu c’Urwanda Azam Rwanda Premier League uzomenyerezwa n’umumenyereza w’umurundi azwi kwizina rya Ismail Jean Marie Nduwantare yahora amenyereza mu mwaka uheze umurwi wa Les Jeunes Athletics wo mucicaro ca kabiri. Jean Marie Nduwantare asanzwe afise urupapuro rw’umutsindo A
rutangwa n’Ishirahamwe ry’umupira wa maguru muri Afrika CAF, yasinye
amasezerano w’imyaka ibiri yo kumenyereza uyo murwi wa Gicumbi FC. Nduwantare yiyongeye kuri Haringingo Mbaya Francis nawenyene n’umumenyereza w’umurundi amenyereza umurwi wa Polisi FC wo murico gihugu nyene. Twobamenyesha yuko Ismaïl Jean Marie Nduwantare amaze
kumenyereza imirwi itandukanye ya hano iwacu nka : Prince Louis,  Inter Star, Flambeau de l’Est, Kayanza
United, Delta Star na Les Jeunes Athletics co kimwe n’umurwi wa Aspor wo mu
Rwanda igihe wakina icicaro ca kabiri.
#Burundi #Football: Inkino zakivandimwe, Vital’O FC na Musongati FC zaratsinzwe, Olympic Star iratsinda.
Imirwi itandukanye izokina ihiganwa rya Primus League Burundi mu mwaka w’inkino w’ 2019-2020 iri munkino zokwitegurira iryo higanwa. Kuri uyu wa gatandatu uheze, umurwi wa Vital’O FC waratsinzwe n’umurwi wa BS Dynamik (2-0) hari ku kibuga Intwari. Kuri uyu w’Imana naho hariya i Gitega ku kibuga Ingoma, umurwi w’igiporisi c’Uburundi Rukinzo FC warahatsindiye Musongati FC (2-0). Hariya i Muyinga ku kibuga Umuco, Olympic Star ihatsindira umurwi wa Ngozi City (3-1). Twobamenyesha
yuko ihiganwa rya Primus League Burundi rizotangura icese umwaka waryo w’inkino
w’2019-2020 mu kwezi kwa Myandagaro.
#Burundi #Gitega: Musongati FC wagarukanye umwe mubakinyi bawo wigihangange yahora mu Rwanda.
Umurwi wa Musongati FC wo mu ntara ya Gitega usanzwe
ukina icicaro ca mbere mu Burundi Primus League wagarukanue umukinyi wawo
wigihangange wo hagati Frank Barirengako batazira « Lampard » yahora
akinira umurwi wa Musanze FC wo mugihugu c’Urwanda. Imbere yo kuja gukinira umurwi wa Musanze FC muri 2017, uyo musore avuka Kigwena mu ntara ya Rumonge yahora akinira Musongati FC ubu akaba awugarutsemwo haraciye imyaka ibiri. Barirengako avuga ko atashimye kubandaniriza mu
murwi wa Musanze FC kumvo nyinshi zitandukanye atashimye kuvuga izarizo ariko
akavuga ko yipfuje kugaruka mu murwi wiwe yahoramwo wa Musongati FC. Kuruhande rw’umuyobozi w’ubuhinga wa Musongati FC,
Nugu Lewis aremeza ko Frank Barirengako yagarutse i muhira iwabo mu murwi wiwe
wa Musongati FC.
#Burundi #Tanzania #BreakingNesws: Umurundi yahawe amabanga yo kumenyereza umurwi nserukiragihugu wa Tanzania.
Umumenyereza w’umurundi Etienne Ndayiragije asanzwe amenyereza umurwi wa Azam FC wo mu gihugu ca Tanzania yahawe amabanga yo kumenyereza umurwi nserukira gihugu wa Tanzania Taïfa Stars ivyimfata kibanza, inyuma yoho utandukaniye nuwahora awumenyereza  n’umunya Nigeria Emmanuel Amunike, inyuma yaho usezerewe ata nota  na rimwe uronse  mugikombe ca CAN 2019 kiriko kibera mugihugu ca Misiri. Etienne Ndayiragije azofashanya murayo mabanga  na Juma Mgunda amenyereza Coastal Union hamwe
na Suleiman Matola icegera c’umumenyereza w’umurwi wa Polisi yo muri Tanzania. Twobamenyesha yuko Etienne Ndayiragije asanzwafise urupapuro rw’umutsindo A rutangwa na CAF. Kikao cha Kamati ya dharura cha Kamati ya utendaji ya Shirikisho la Mpira wa Miguu Tanzania (TFF) ambacho kimekutana leo,kimemtangaza Kocha Mkuu wa Azam Ndayiragije Etienne  kuwa Kaimu Kocha mkuu wa timu ya taifa ya Tanzania Taifa Stars.@taifastars_ pic.twitter.com/2mOlMPTAKI
#Burundi #Football: Ninde azomenyereza umurwi wa Musongati FC?
Ninde azomenyereza umurwi wa Musongati FC wo mu ntara ya Gitega? Ni kimwe mubibazo abasanzwe barongoye umurwi wa Musongati FC bamaze imisi biganirako nkuko tubimenyeshwa numwe mubegereye uyo murwi. Ayo makuru nyene arabandanya atumenyesha ko amazina y’abamenyereza
batanu ariyo avurwa ko umwe murabo ashobora guhabwa amabanga yo kumenyereza uyo
murwi usanzwe ukunzwe cane i Gitega. Murabo bamenyereza hari umwe mubamaze gusaba umurwi wa Musongati
FC ko bamukotera inzu y’ivyumba bitatu azokwimukirwo we n’umuryango wiwe, nkuko
ayo makuru nyene abandanya abitumenyesha. Ivyo gukotesherezwa inzu
y’ivyumba bitatu kuruyo mumenyereza bituma twibaza ko uyo mumenyereza atari
uwongaha mugihugu c’Uburundi kuko benshi mubamenyereza bamenyereza imirwi yo mu
ntara hagati benshi nta miryango yabo badugana ruguru canke ngo babe munzu
z’ivyumba vyinshi. Ayandi makuru avuga ko
umumenyereza yahoze amenyereza Messager Ngozi FC, Umufaransa, Jean Jacques
Eydelie ngo niwe ashobora kuzohabwa amabanga yo kumenyereza Musongati FC. Twagerageje kurondera, Umuyobozi
w’ubuhinga (Directeur Technique) wa Musongati FC, Nugu Lewis ntiyahakanye ko
umurwi wabo umaze iminsi uvugana n’abamenyereza batandukanye ariko ivya Jean
Jacques Eydelie yavyamiriye kure ariko yatumenyesheje ko ubu vuba Musongati FC
izoshira ahabona uwuzoyimenyereza mu mwaka uza w’inkino za Primus League
Burundi. Twobamenyesha yuko umurwi wa
Musongati FC mu mwaka uheze wamenyerejwe n’abamenyereza babiri, Nahimana
Hussein Welo yawumenyereje igice ca mbere c’ihiganwa aca arawuvamwo giturumbuka
asubirizwa na Nimubona Thierry azwi kwizina rya « Shombe ».
#Burundi #Rwanda: Icatumye Moussa Muryango adakinira Rayon Sports.
Kizigenza w’Intamba Murugamba zabatarenza imyaka 23 hamwe n’umurwi wa Vital’O FC asanzwe ari umukinyi w’inyuma muriyo mirwi,  Moussa Muryango ntivyabaye bigikunda ko aguma mugihugu c’Urwanda aho yaragiye kuvugana n’abasanzwe barongoye umurwi wa Rayon Sports kugira ngo azowukinire mu mwaka uza. Icatumye  uyo mukinyi
wa kera wa Inter Star ataguma muri Rayon Sports nuko abasanzwe barongoye uyo
murwi bamusavye kubakinira kugira ngo babanze barabe uko akina (igeragezwa)
babishimye baheze bamuhe igice c’amafaranga bari kumugura kindi bazokimuhe
hanyuma, Moussa Muryango avyamirira kure yishura abo barongoye Rayon Sports ko
we atari uri umukinyi aje mwigerageza ndetse ivyo vyogutanga igice c’amafaranga
navyo nyene aravyanka, nkuko tubikesha umwe mubegereye uyo mukinyi. Moussa Muryango akimara gushika i Bujumbura avuye mu Rwanda
yaciye akubitira ku kibuga « Intwari » icahoze citwa « Umuganwa
Rudoviko Rwagasore » kuraba urukino rwa kivandimwe rwariko ruhuza umurwi
wiwe wa Vital’O FC na Rukinzo FC (1-0) niko guca tumubaza kuvyayo makuru aho
adahakana ayo makuru ndetse avugako
batigeze bumvikana na Rayon Sports nico gituma yashimye kwigarukira
muhira. Twobamenyesha yuko umurwi wa Rayon Sports wasinyishije
umukinyi w’inyuma yahora akinana na Moussa Muryango mu murwi wa Vital’O FC
Samuel Ndayizeye.
#Burundi #Football : Saido Ntibazonkiza yinjije igitsindo murukino rwahuje Vital’O FC na Rukinzo FC.
Murukino rwa kivandimwe rwahuje umurwi wa Vital’O FC na Rukizo FC kuri uyu wa gatatu ku kibuga « Intwari » ikibuga cahoze citwa « Umuganwa Rudoviko Rwagasore », urukino rwarangiye ku ntsinzi y’umurwi wa Vital’O FC kugitsindo (1-0) Rukinzo FC, Igitsindo cinjijwe n’uwahoze ari kizigenza w’Intamba Murugamba Saido Ntibazonkiza mugice ca kabiri c’urukino. Igice ca mbere curwo rukino caraheze imirwi yose
iganije (0-0). Mugice ca kabiri, umumenyereza Jean Gilbert Kanyenkore batazira
« Yaoundé  » yinjiza Saido Ntibazonkiza yari yambaye mu mugongo inimero
itamenyerewe cane (7) mugihe hamenyerewe ko yamabara inimero (10) hamwe
n’igitambara c’ubukizigenza ku kuboko kwiwe nkuko bisanzwe aho yakinye imonota
45 gusa maze arinjiza igitsindo kimwe cahaye intsinzi Vital’O FC utsinze umurwi
w’igiporisi c’Uburundi Rukinzo FC. Inyuma y’urukino twamwegereye kugira ngo tumubaze
utubazo dutandukanye na cane cane kuvyerekeye umurwi agiye kubandanyirizamwo
ivyo gukina umipira, yatumenyesheje ko ubu vuba azoshira ahabona umurwi
azokinira mu mwaka uza w’inkino. Twobibutsa yuko, Saido Ntibazonkiza w’imyaka 32 amaze
imyaka 2 ata murwi afise inyuma yo guca mu murwi wa FC Kaysar wo mugihugu ca
Kazakhstan hari muri 2017.
#Burundi #Fooball: Iyi niyo  mirwi izotana mu mitwe na Aigle Noir munkino zakivandimwe.
Muntumbero yo kwitegurira neza ihiganwa rya Primus League ryo mu mwaka w’inkino wa 2019-2020 hamwe n’ihiganwa rihuza imirwi yatahukanye amahiganwa yo mubihugu iwabo muri Africa (CAF Champions Lesgue),   umurwi wa Aigle Noir uri mugihugu ca Tanzania aho bitegekanijwe ko uzotana mu mitwe munkino za kivandimwe nimirwi nyinshi yo ngaho nyene murico gihugu ca Tanzania. Imirwi, ikibuga hamwe n’amagenekerezo, Aigle Noir izokina naya akurikira: Igenekerezo rya 17/07/2019 ku kibuga ca Azam Complex: Tanzania Prisons vs Aigle Noir 20/07/2019 Azam Complex: Singida United vs Aigle Noir 22/07/2019 Azam Complex: Namungo FC vs Aigle Noir 24/07/2019 Azam Complex : Mtibwa Sugar vs Aigle Noir 26/07/2019 Azam Complex : Azam FC vs Aigle Noir.
#Burundi #Football: Vital’O FC vs Rukinzo FC.
Muntumbero yo kwitegurira guserukira neza Igihugu c’Uburundi munkino za Coupe de la Confédération hamwe n’ihiganwa rya Primus League ry’umwaka wa 2019-2020 umurwi w’igiporisi c’Uburundi Rukinzo FC kuri uyu wa gatatu igihe c’isaha icenda (15h) ku kibuga citirimwe Intwari uraza gutana mumitwe murukino rwa kivandimwe n’umurwi wa Vital’O FC umenyerezwa na Jean Gilbert Kanyenkore batazira « Yaoundé ». urwo rukino rwa kivandimwe  hagati yiyo mirwi uko ari ibiri ruje muntumbero kandi yokwerekana abakubzibayo  abakinyi iyo mirwi yompi imaze kugura na cane cane abo izokinisha  mu mwaka uza.
#Espagne #RealMadrid: Christian Eriksen ariko arondera inzu mugisagara ca Madrid !
Mugihe
bivurwa ko ibiganiro umurwi wa Real Madrid wo mugihugu ca Espagne uriko ugirana
n’umurwi wa Manchester United wo mu Bwongereza bitariko bigenda neza, mugihe
kandi ivyo kurondera umukinyi wo hagati wa Tottenham, Christian Eriksen umunya
Danemark bitakivurwa, ikinyamakuru The Times ca Bongereza canyeguruye ko
Eriksen ariko ararondera inzu yo kubamwo mugisagara ca Madrid. Ico kinyamakuru kibandanya kivuga ko ivyo kurondera inzu murico gisagara
kuruyo mukinyi bidasigura ko Christian Eriksen yoba agiye kwimukira mu murwi wa
Real Madrid ubu vuba ariko kivuga ko ibiganiro hagati y’umurwi wa Real Madrid
na Tottenham vyoba bimaze gutera intambwe nziza. Mwomenya yuko
Tottenham isaba imiriyoni 100 zamanyaburaya kuri Christian Eriksen w’imyaka 27
mugihe amasezerano afitaniye na Tottenham azorangira mu mwaka wa 2020.
#EUROPE: Amakuru avurwa n’ibinyamakuru bitandukanye vyo ku mugabane wa buraya.
footmercato Manchester city nta mugambi bafise wo kugurisha umukinyi wabo w’inyuma wu mwongereza John Stones 23, kubera ko akiri mu migambi y’umumenyereza Pep Guardiola. (Daily Telegraph) Manchester city irafise icizere ko ishobora kuronka umukinyi wo hagati wa Fc Barcelona, Andres Iniesta 33, yipfuzwa kandi na Paris St Germain yo mu bufaransa hamwe n’imigwi yo mu bushinwa. (AS) Manchester united itegerezwa gutanga imiriyoni £40 hamwe na Luke Show kugira ironke umukinyi w’inyuma wa Tottenham Danny Rosse muci rigiye gutangura. (The sun) Chelsea nayo ngo ntizogurisha umusatirizi wayo Alvaro Morata hamwe n’umukinyi wabo wo hagati Tiemoue Bakayoko kiretse bonyene bisabiye kuva muruyo mugwi. (Daily Teleghaph) Arsenal irafise icizere co kugena umumenyereza wa kera wa Fc Barcelona nk’umumenyereza azoza gusubirira Arsene Wenger, yatangaje ko azova muruyo mugwi mu mpera za shampiyona. (Daily Mirror) Uyundi mu menyereza Arsenal yipfuza ni Joachim Low amenyereza umugwi nserukira gihugu w’ubudagi bivurwa ko ashobora kwemera kuza muri Arsenal inyuma y’igikombe c’isi yose. (The Times) Real Madrid yahagaritse umugambi wayo wo kugura Harry Kane ahubwo bagiye gukomeza bipfuza umusatirizi wa Bayern Munich, Robert Lewandowski bamye bipfuza kuva kera. (The sun) Tottenham iri mu bihaniro vyo kwongereza amasezerano umukinyi wabo w’inyuma kuruhande w’imyaka 21 Kyle Walker Peters. (ESPN) Leicester city imaze gushira mu rutonde rw’abakinyi yipfuza kugura, umunya Portugal, Ricardo Pereira wa Fc Porto igiciro ciwe ari miriyoni £36 (Mirror) Umugwi waduze muri Premier League Wolves uripfuza umukinyi w’inyuma wa Man city Eliaquim Mangala atangorane azotera uyo mugwi kuko ahembwa ibihumbi mirongo umunani n’abitanu kundwi vya ma pawundi (£85.OOO/week)  Mukiganiro  The Alan Brazil Sports Breakfast c’ikinyamakuru Talksport Davide Ginola yavuzeko Mo Salah ashobora ku mugereranya na bakinyi bibihangange bari ku mugambane wa buraya kandi ko amaze kuja mu rwego rumwe nabo, Ginola yagize ati : « Salah n’umunyamahirwe ubu ikintu cose akoze kigenda neza mu kibuga.» « Urashobora ku mugereranya Mo Salah n’umukinyi uwariwe wese akomeye ku mugabane wa buraya, ivyakora n’ibitangaza kabisa.» ivyo vya vuzwe na Davide Ginola.
#PRIMUSLIGUE: Vital’o fc na Olympic star imaze imyaka ibiri yikurikiranya idatsindana muri Primus ligue.
Www.magaratimes.com Murukino rw’ikirarane rwa hujije umugwi wa Vital’o fc na Olympic star yi Muyinga rwarangiye ubusa ku bundi (0-0), urukino rwabereye ku kibuga ivyizigiro yo mu Rumonge. Kunganya kwa vital’o Fc na Olympic star bisa nibi maze kuba umugenzo kuko haraciye imyaka ibiri y’inkino yikurikiranya iyo migwi idatsinda ndetse igitangaje nuko ivanako ubusa ku bundi (0-0). Muri 2016-2017 urukino rwa mbere n’urwo gusubiriza I muyinga ndetse no mu Rumonge iyo migwi yose yaranganije (0-0), muri 2017-2018 iyo migwi kandi yasubiriye kunganya urukino rwa mbere n’urwa kabiri ivyo rero vyerekana uguhangana kudasanzwe kuri hagati yiyo migwi ibiri Umwo urongowe na Simeon BARAYANDEMA ariwo Olympic star, uwundi urongowe na Benjamin BIKORIMANA. Urwo rukino rwahujije Vital’o fc na Olympic star igice ca mbere c’urukino carangiye ata mugwi numwe utsinze uwundi, ariko kubijanye n’ubusumba sumbane imigwi yose yasa niyinganya inguvu, yaba Vital’o fc yaba Olympic star bose basatiranye ndetse baronse n’imyanya ihagije, aho kuruhande rwa Vital’o fc KASHINDI Joseph yahushije igitsindo ki boneka arikumwe nu munyegori HAKIZIMANA Ibrahim hama Kuruhande rwa Olympic star, Slim SAIDI yahushije na wene igitsindo abonana imbona nkubone na Jonathan NAHIMANA nko ku metero zi 6 hagutera mw’igori awutera hanze. Nubwo ata mugwi watsinze uwundi muri kino gice ca mbere, ariko kikarangira hasohowe ikarata imwe y’umuhondo yeretse, Hassan Junior wa Olympic. Igice ca kabiri Vital’o fc iza yazikenyereye yerekana ko y’ipfuza igitsindo kuburyo bakoresheje abakinyi ba Olympic star amakosa atari make aho MBAZUMUTIMA Baba yaronse ikara y’umuhondo yakoreye ikosa MBIRIZI Christian hafi ya muri mukore umbone ariko atanakimwe vyavuyemwo, KASHINDI Paul nawe nyene yeretswe ikarata y’umuhondo mugihe kuruhande rwa Vital’o f cata numwe yeretswe ikarata. Nubwo Vital’o fc yagerageje ntacavuyemwo ariko urukino rurangira ata mugwi numwe utsinze uyundi. Vital’o fc imenyerezwa na Jean Gilbert KANYENKORE yatanguje mu rurwo rikino abakinyi aba bakurikira :1.Jonathan NAHIMANA, 3.KIZA Fataki, 23.NIMUBONA Vianney, 4.Assumani Hamisi, 26.NDIZEYE Samuel, 13.TOYI Steve, 8.NTAHOBARI Athumani, 6.NDIKUMANA Moussa, 3.KASHINDI Joseph, 10.MBIRIZI Christian, 2.MURYANGO Mussa.  ku ntebe ya basubirira harimwo 7.HAKAZIMANA Nuru, 21.SAIDI Djuma,  17.MUBANGO Prince, 18.TUYISENGE Emery, 22. RUGERINYANGE Joseph, 12.FATAKI Justin, 11.NGENZI Issa.   Mugihe muri Olympic star uyu musi yari ifise NGABO Diomede bivanye n’ikarata Hussein Welo NAHIMANA yari yahagaritse bivanye n’ibihano yafatiwe mu rukino Olympic Star yatanye mu mitwe na Flambeau de l’est mu Ruyigi. Olympic star yatanguje mu kibuga: 30.HAKIZIMANA Ibrahim, 4. MUHUZA Patient Zokora, 14.MWENEBANTU John Anzor, 2.MBAZUMUTIMA Baba (C), 26.KABURA Christian, 23.GIRUKWISHAKA Fabrice Fafa, 5.RAMADHAN Pascal, 11.KASHINDI Paul, 8.HASSAN Junior 3.Slim SAIDI, 15. MUDASIRU Iddy. Www.magaratimes.com                                                                                                                                    Ku ntebe ya basubiriza hariyo: 21.HAKIZIMANA Arnauld, 19.SIBOMANA Abdoul, 22.Djuma Harouna, 10.NDINDA Alain Jupin. Urwo rukino rwasifuwe na: Www.magaratimes.com IRAKOZE Arthur umusifuzi wo hagati, NDIMUNZIGO Pascal na NKURUNZIZA Desire abasifuzi bo kuruhande, umusifuzi agira kane ni HAKIZIMANA Mukiwa, komisere w’urukino yari NGENDAKURIYO Emmanuel.
#CAN U-20: Intamba mu rugamba U-20 zaronse uburengazira bwo guhura na Sudan mugice gikurikira.
Intamba mu rugamba zabari musi y’imyaka 20 zaronse uburenganzira bwo gukina igice gikurikira, aho izohura n’igihugu ca Sudan inyuma yo gusezerera igihugu ca Ethiopie igitsindo kimwe ku busa (1-0) ku rukino rwa bereye mu ntara ya Ngozi ku kibuga urukundo ku ruyu wa gatandatu mu rukino rwo gusubiriza, ni mu ntumbero yo kurondera itike zigikombe ca Afrika ca batarenza imyaka 20. Inyuma yo kubatsindira iwabo i Addis-Abeba, ibitsindo bi biri ku busa (2-0) mu rukino rwa mbere, nubu Intamba mu rugamba zasubiriye ku bikora zitsinda igitsindo kimwe ku busa (1-0), Igitsindo kimwe rukumbi c’intamba mu rugamba cinjijwe na SHAKA Bienvenue ku munota wa 38 kikaba gihaye uburengazira bwo kubandanya izo nkino zo gukura kuranwa mu kurondera itike y’igikombe ca afrika ca batarenza iyo myaka aho Uburundi buzoca buhura n’igihugu ca Sudan.  SHAKA Bienvenue niwe mukinyi twovuga ko yabere igisiga c’irabura igihugu ca Ethiopie kuko no murukino rwa mbere yarinjije igitsindo, vyumvikana ko mu bitsindo bi tatu ku busa (3-0) mu rukino rwa mbere n’urwo gusubiriza Uburundi butsinze Ethiopie, SHAKA Bienvenue wenyene yarinjije ibitsindo bibiri (2). Ku mukenyuro wa 4-3-3 wa koreshejwe na Joslin BIPFUBUSA umumenyereza wizo ntamba mu rugamba yatanguje mw’igori RUKUNDO Onesime, abakinyi binyuma  Souleiman Moustapha (c), NDORIYOBIJA Eric, BIGIRIMANA Ramadhan, NDAYE Chancel, abakinyi bo hagati MBIRIZI Eric, Mabano Shaban MURYANGO, KWIZERA Eric, abasatirizi, Djuma Mohamed, Pascal Ramadhan na SHAKA Bienvenue. Mu gihe ku ruhande rw’umugwi nserukira gihugu wa Ethiopie watanguje aba bakurikira : Bureket Amar, Yohaness Segebo Sherade, Tsegbab Yoseph roma, Yitbarek Hatamu Wubete, Sintayehu Walche Wagesho, Esrael Eshetu Semago, Ahmed Nasir, Mesay Pawlos Dana (C), Elamo Teshita, Majahid Mohamed, Abel Endale Gizaw. Intamba mu rugamba rero zikaba zasezereye uko igihugu ca Ethiopie zikazohura na Sudan yo mu buraruko mu rukino rukurikira rwo gukura kuranwa mu kurondera itike za CAN 2019.
#CECAFA U-17: Intamba mu rugamba zisezereye ihiganwa rya cecafa rugabo.
Magaratimes Mu rukino rw’indwi ya gatatu yi higanwa rya Cecafa U-17, Intamba mu rugamba ya tsinze umugwi nserukira gihugu wa Ethiopia igitsindo kimwe ku busa (1-0) igitsindo cinjijwe na NDIKUMANA Ally mu rukino rwabere ku kubuga Ingoma mu ntara ya gitega kuruyu wa gatanu. Inyuma yo kungana na Somalie no gutsindwa na Kenya mu rukino rwa mbere, Intamba mu rugamba uno munsi yihagazeko imbere ya Ethiopie iratsinda kimwe ku busa ica irakwiza amanota ane n’umwenda w’ibitsindo bi tatu, ivyo rero ntibihagije ko intamba mu rugamba ironka uburengazira bwo kubandanya. Igice ca mbere ca rangiye ata gitsindo na kimwe intamba mu Rugamba ironse nubwo yakinye neza basatira berekana ko bafise ishaka n’inyota yo gutsinda ariko bibata ku wa mazi kubera ko Ethiopie bari bugaye inyuma. Abasore ba Vivier BAHATI mugice ca kabiri baza atanguvu bafise , iminota nka 15 Ethiopie yabagoye ariko ntivyatevye ko intamba zirahindura ziragaruka kuvyitwaramwo gushika aho ku munota wa mirongo indwi n’umunani (78′) umusore Ally NDIKUMANA ahagurutsa abari ku kibuga Ingoma stadium y’igitega barongereza gusatira ariko iminota mirongo icenda irangira ari kimwe ku busa nyene, mu rukino rwa sifuwe na Sabri Mohamed FADUL umunya Sudan afashijwe na Olivier Omondi ODHIAMBO umunya Kenya hamwe na Omer Hamid Ahmed umunya Sudan    Itsinda ry’intamba mu rugamba ntaho rihitwaye kuko mu rukino  mu rundi rukino rwabereye mu ntara ya muyinga kuri Umuco stadium, Somalie yatsinze Kenya bi biri ku busa (1-0) bica bituma Somalie ifata ikibaza ca mbere n’amanota 7 n’ibitsindo 4, Kenya ikaza mu kibanza ca kabiri n’amanota 4 n’ibitsindo bi 2 ni mugihe Intamba mu rugamba nayonyene ifise amanota 4 n’umwenda w’ibitsindo bi 3 menya neza naho intamba mu rugamba zari kuba zifise ibitsindo vyinshi  kurusha Kenya ntizari ku rengana imbere ya Kenya kubera ko, Kenya yarayitsinze mu rukino rwa mbere baca baraba  rero uko bahuye ntavyari kworohereza intamba mu rugamba.
Ku mukenyuro wa 4-3-3 Intamba mu rugamba yakoreshejwe yifashisha aba bakinyi bakurikira: HABUKA Papy, Djuma Mosi, IRUTINGABO Faustin, Jules MASUMBUKO, Japhet NIYERA, NIYONDIKO Chastel, Pacifique HABONIMANA, Ally NDIKUMANA, Chris NIKUZE, Flavier IRATANGA, NIBIKORA Arthur (C).
Mugihe Ethiopie nayo yatanguje:   : Ginbo DAEMO, Worku WONDIMU, Dikaso ABEL, Kussa Yohanes, Abreha Hayle, Jarsa Jagiso, Molla Deriba, Gondere Demesen, Lucha Mudin, Ahmed Abas (C) Alemu Fereja. Mwomenyako muri rino tsinda rya mbere A harenganye imigwi ibiri Somalie na Kenya mu gihe uburundi na Ethiopie vyasezereye
#ARSENAL: Arsène Wenger yatangaje ko agiye kuva muruyo mugwi mu mpera z’uno mwaka.
Maxifoot Ikintu cose cama gifise intango kikagira n’iherezo ryaco, ivyo bimeze ukonyene no ku mumenyereza wa Arsenal, Arsène Wenger yamenyereje uyo mugwi kuva mu 1996 bivuzeko haheze imyaka 22 amenyereza The Gunners, ku ruyu wa gatanu itariki 20 ndamukiza, Arsene Wenger wenyene yashize ahabona ko agiye gutandukanya na Arsenal mu mpere zuno mwaka w’inkino nukuvuga ko mu wundi mwaka wa 2018/2019 atazoba arikumwe na Arsenal, ingingo yamenyesheje abicishije kuri ku kinyamakuru  cuwo mugwi.  Kurico kinyamakuru ca Arsenal, Arsene Wenger yagize ati : « Inyuma yo gufata umwanya murere mure wo kwiyumvira hamwe no kuvugana n’umugwi na fashe ingingo yuko hakeze ko ntandukanya na Arsenal mu mpera zuyu mwaka w’winkino » ivyo nivyo vyashikirijwe nuwo mu faransa w’imyaka 68 Arsène Wenger yamenyereje kera As Monaco,  yabandanije avuga ati : « Naritanze gose mu kumenyereza Arsenal nitaho cane ivy’umugwi. Ndashimiye abafana, Abakinyi, Staff hamwe n’ubuyobozi bw’umugwi, ndasavye kandi ko abakunzi b’umugwi bobandanya kuza kudushigikira kugira ngo turangize umwaka w’inkino neza.»  Ivyo rero, Wenger abishikirije inyuma yaho abafana ba Arsenal batakiza kurorera uyo mugwi ku kibuga ca Emiretes kuko benshi basaba ko Arsène Wenger yo tanga imihoho. Umwaka wiwe wa nyuma muri Arsenal, uyo mugwi nta burenganzira waronse wo kuja muri EUFA Champions League mu mwaka uza kubera ko Arsenal iri mu kibanza ca 6 isumbwa  amanota 14 n’umugwi uri mu kibanza ca 4 muri English Primier League . Ariko kugira ngo arangize afise igikombe, ategerezwa gutsinda Atletico Madrid mu gice ca 2 gishira icanyuma muri Europa League, itariki 26 ndamukiza 2018 mu rukino rwa mbere ruzobera mu bwongereza kuri Emirates Stadium, urwo gusubiriza rukinwe itariki 3 Rusama 2018 muri Espagne. Mwomenyako Arsène Wenger atangaje ko azova muri Arsenal amaze kuyiha ibikombe bi tatu (3) vyo mu bwongereza Primier League, super cup indwi (7) zo mu bwongereza, igikombe kimwe (1) co mu bwongereza.
#AIGLENOIR: Joslin BIPFUBUSA yafashe ingingo yo guhagarika abakinyi indwi buyo mugwi.
Abo bakinyi indwi bahejeje guhagarikwa n’umumenyereza Joslin BIPFUBUSA wa Aigle noir yi Makamba  ni: 1.NDAYISHIMIYE Youssuf Nyange. 2.NAHIMANA Moise. 3.NAHIMANA Eloi Fils. 4.NDIKUMANA Jean Etando. 5.RUKUNDO Therence. 6.IRAKOZE Yves. 7.NDAYISHIMIYE Eric. Imvo ziryo hagarikwa mu mugwi kurabo bakinyi nuko batashitshitse mu mwiherero wuyo mugwi umwanya basabwe gushikirako nukuvuga itariki 17 Ndamukiza 2018 gishika n’ubu batarashika mu mwiherero wuyo umugwi nkuko vya menyeshejwe na Joslin BIPFUBUSA. Magaratimes imuhamagaye kuri terefone yiwe ngendanwa imubaza ko iyo nkuru yoba ariyo BIPFUBUSA yatwishuye ati “ Nivyo uburongozi bw’umugwi bafashe ingingo yo gubahagarika abo bakinyi bivanye nuko ikiringo twabahaye co kwinjira mu mwiherero kimaze kurangira nukuvuga ko twababwiye ko bategerezwa kuba bashitse mw’ikambi ry’umugwi itariki 17 ndamukiza ariko gushika nubu ntabo turakubita ijisho” uko niko yishuye uyo mu menyereza wa kera wa Messager Ngozi, Joslin BIPFUBUSA. Magaratimes imubajije ikiringo bazomara bari mu bihano Joslin BIPFUBUSA yagize ati “ Nta kiringo nakimwe gitegekanijwe kandi ivyo bihano bizokurwaho mpaka uburongozi bw’umugwi busubiriye gukorana” Mwomenyako mu rabo bakinyi bose indwi Aigle noir ihagaritse bane muribo bama batangura mu kibuga akatari gake, nka NDAYISHIMIYE Youssuf Nyange, Jean Etando NDIKUMANA, RUKUNDO Therence, IRAKOZE Yves.
#CHELSEA: Antonio Conte yahagaritse ikiganiro n’abamenyesha makuru kubera umugore wiwe.
Talksport Mukiganiro yariko araha abanditsi n’abamenysha makuru ku bijanye nu rukino umugwi wiwe wa Chelsea utana mu mitwe na Burnley ku ruyu wa gatatu, Antonio Conte yahagaritse gutanga ikiganiro kigeze hagati bivanye nuko umugore wiwe yamuhamagaye kuri terefone biba ngombwa ko uyo mutariyano ahagarika gutanga ikiganiro yariko araha abanditsi n’abamenyesha makuru.  Mugihe yariko aratanga ikiganiro, avuga ku bijanye  n’urukino rw’uno munsi hagati y’umugwi wiwe wa Chelsea wa kirwa na Burnley, Antonio Conte  ageze hagati y’ikiganiro yumva terefone irahamagaye agiye kuraba asanga n’umufasha wiwe amuhamagaye, niyihanganiye kuda twenga mu gihe ya menye ko ari umugore wiwe mbere arabiba bwira ko ari umugore wiwe ariko aramurondera kuri terefone, aca arafyina n’abamenyesha makuru gato, abwira abamenyesha makuru ati “Murashobora kunca ihadabu, ndasavye imbabazi kuko nanje nari gushavura iyo vyashikira umwe muri mwebwe” vyavuzwe n’uwo mumenyereza wa kera wa Juventus akaba avuze ivyo mugihe tuzi ko abamenyereza bavyanka igihe boba bariko baratanga ikiganiro n’abamenyesha makuru ko ata terefone ihamagaye.
#CECAFA U-17: Sudan ishavu rya Uganda riyi hereyeko.
Www.magaratimes.com Inyuma yo kunganya na Tanzaniya kimwe ku kindi mu rukino rwa mbere, Uganda yihaniye bimwe bikomeye cane umugwi nserukira gihugu wa Sudan, ibitsindo bi tatu ku busa (3-0) ,mu urukino rwabereye mu ntara ya Gitega kuri Ingoma stadium mundwi ya kabiri  y’inkino za Cecafa u-17. Mu rurwo rukino rwa sifuwe n’umurundi, Eric MANIRAKIZA afashijwe n’umunya Ethiopia, Belachew YETAYEW hamwe na Willy HABIMANA  umurundi rwarangiye igice ca mbere Uganda imaze gutsinda Sudan ibitsindo bi biri ku busa, ibitsindo vyinjijwe na KAWOOYA Joseph hamwe na KIRYA Gerald, igice ca mbere kirangira uno mungwi umenyerezwa na ONEN Peter utahukana itsinzi. Igice ca kabiri Uganda iza kumarira akazi yari yakoze mu gice ca mbere icumitamwo igitsindo ca gatatu n’icanyuma uno mungwi nserukira gihugu wa Sudan, igitsindo cinjijwe n’umusatirizi wabo Iddy Abdelwalidi. Nubwo Uganda yaronse ico gitsindo ca ga tatu ntivya yibujije gusatira izamu rya Sudan aho bashoboye gutera imipira itari mike mw’igori rya Sudan nubwo ikindi gitsindo kitijiye. Kuronka itsinzi ku mugwi wa Uganda, bitumye ica ironka uburengazira bwo kuja mu gice ca kabiri gishira ica nyuma muri Cecafa u-17, mwitsinda ryabo kuko ariwo ufise ikibanza ca mbere mw’itsinda ryabo n’amanota 4 n’ibitsindo bi 3 igakurikirwa na Tanzania ifise inota rimwe nubwo itarakina urukino rwabo rwanyuma ruzo ihuza na Sudan itariki 22 ndamukiza mu ntara ya Muyinga, mu gihe muriryo tsinda nyene Sudan ifise ikibanza ca nyuma n’amanota ubusa, Uganda rero irindiriye umugwi izo uherekeza mu gice ca kabiri gishira icanyuma. Ku mukenyuro wa 4-3-3 batangujwe n’umumenyereza wa Uganda ONEN Peter,  yatanguje aba bakurikira: OLUKA William, KAFUMBE Joseph, JAGGWE Mussa, KIZITO Gavin (C), KIRYA Gerald, BAKABULINDI Joseph, KAWOOYA Andrew, Iddy Abdelwalidi, KAKAIRE Thomas, EKELLOT Ibrahim.
#CECAFA U-17: Intamba mu Rugamba zabuze iki ngo zitsinde Somalie?
Vivier BAHATI hagati iburyo bwiwe Team Manager wa Somalia ibubamfu Ally Ndikumana Ico n’ikibazo cishuwe n’umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba ya bari musi y’imyaka cumi n’indwi, Vivier BAHATI mu kiganiro yahaye kuru wa kabiri abanditsi n’abamenyesha makuru, inyuma yo kunganya ubusa ku bundi n’igihugu ca Somalia mu rukino rw’indwi ya kabiri y’inkino za CECAFA U-17. Inyuma y’urukino rwabereye i Ngozi kuri Stade Urukundo, nkuko bisanzwe abanditsi n’abamenyeshamakuru bama babaza ibibazo bitandukanye umumenyereza bivanye n’urukino bahejeje gukina, natwe twaregere umumenyereza w’intamba mu Rugamba zabo bakiri bato, Vivier BAHATI tura mubaza bitandukanye, mbe intamba mu rugamba zabuze iki kugira zitsinde Somalie? atwishura ati: « Ndavye urukino uko rwagenze, twashitse imbere y’igori kenshi turasatira bikomeye cane, mugabo dushitse imbere y’igori twabuze ugutekana, tunanirwa gukoresha neza uburyo bwo kwinjiza twaronse » Ikibazo c’uko ubusatirizi bwiwe, budatsinda, Vivier BAHATI, aravyemera ko ibiharuro atari vyiza k’ubusatirizi bwiwe, Vivier BAHATI agira ati: « Nivyo  ibiharuro biravyerekana neza ko mu nkino zi biri nta gitsindo turatsinda ariko abakinyi  bacu baratsinda, gusa mu rukino birabagora ariko tukagira icizere ko mu rukino rukurikira tuzotsinda.» Amahirwe y’intamba mu rugamba ntabwo ari kirenga cane ndetse ivyo bishingirwa intahe n’umumenyereza w’intamba mu rugamba « Uravye aho tugeze uno musi nitwe turabanyuma, dufise inota rimwe, ndavye uko biriko biragenda amahirwe ni make cane  yo kubandanya, ariko dusigaje urukino rumwe mugabo ntituzi uko bizogenda, bidusaba ko dukina urukino hama turabe ahandi uko bizogenda.» Igihe Intamba isigaje urukino rumwe gusa rwa Ethiopia  mbega icizere co kirahari co gutsinda urwo rukino rwa nyuma? Nubu kandi Vivier BAHATI, « kuri jewe icizere kirahari kubera ko inkino zidasa, uno musi vya genze nabi, twabuze amahirwe yo kuronka amanota atatu ariko ndavye urukino rukurikira tuzorutegura imisi ibiri yose ndafise icizere ko bizogenda neza » Mwomenyako Intamba mu rugamba izokina urukino rwabo rwa nyuma na Ethiopia i gitega ku kibuga Ingoma, Intamba mu rugamba igasabwa gutsinda urwo rukino ibitsindo birenga 4 mu kurindira ibizova mu rukino rwa Kenya na Somalie.
#FRANCE: Benzema yisiguye impamvu ataririmba ururirimbo  ruhayagiza igihugu c’Ubufaransa.
Karim Benzema. Photo © Manrique/DYDPPA/Shutter/SIPA Karim Benzema yashizwe mu bihano vyo kudatumwako mu mugwi nserukira gihugu w’Ubufaransa kuva muri Gitugutu 2015, impamvu aka video k’ubusambanyi, kerekeye umukinyi mugenziwe Mathieu Valbuena, ico bo bise mu gifaransa affaire de la sextape, umusatirizi Karim Benzema imyaka 30 ya mavuko, inkino 81 amaze gukinira igihugu c’ubufaransa, hamwe n’ibitsindo 27 amaze kuwutsindira, yagirizwa akatari gake ko ata ruririmbo ruhayagiza igihugu c’Ubusaransa, La Marseillaise aririmba. Uyu musatirizi wa Real Madrid yahavuye ava mu gacerere kurivyo yagirizwa araheza arisigura impamvu ataririmba la Marseillaise, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru ca banya Espagne citwa Vanity Fair. Kuri micro zico kinyamakuru Karim Benzema yagize ati « Tugerageje kumviriza neza, urwo ruririmbo, La Marseillaise ruduhamagarira kugira intambara, nanje ntavyo nkunda » uko niko uwo mukinyi wa kera wa Olympique de Lyon yisiguye kuri micro za Vanity Fair. Si Karim Benzema wenye yanka kuririmba urwo ruririmbo kuva nakera hose abakinyi benshi bibihangange baciye muruyo mugwi nserukira gihugu w’ubufaransa baranka kururirimba, aha two vuga nka Michel Platin ya mamaye cane muri Les blues. Tugerageje kuraba amwe mu majambo ari murwo ruririmbo dusangamwo nka, gufata ibigwanisho abanyagihugu muheze mugire ama batayo yanyu.
#CECAFAU17: Intamba mu Rugamba amahirwe yo kubandanya ntabwo ari kirenga.
Mundwi ya kabiri y’inkino za Cecafa  U17 zabandanije kuruyu wa kabiri ,ku kibuga Urukundo i Ngozi, Intamba mu rugamba yanganije ubusa ku bundi (0-0) na Somalia. Inyuma yo gutsindwa ibitsindo (4-0) na Kenya mu rukino rwa mbere, Uburundi bwasubiye kutavyitwaramwo neza mu kunganya na Somalia (0-0) mu rukino benshi bibaza ko Intamba mu rugamba iza kurutsinda bitagoranye bafatiye ku rukino rwa mbere Somalia yatsinzwe na Ethiopia ibitsindo (3-1), ariko ivyo benshi bibaza sivyo vyabaye uno musi kuri stade urukundo iri muri zone Buye, komine Mwumba, intara ya Ngozi, Somalia yihagarayeko irangiza urukino inganije n’umugwi wakiriye ayo mahiganwa ya cecafa u-17 Uburundi. Muri runo rukino rwa sifuwe n’umugande William OLOYA yifadikanije n’umutanzaniya Haule HAULE Mbaraka hamwe na Isa MASEMBE umugande, rwiganjijwe ahanini n’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba nubwo batashoboye kuronka igitsindo vya boneka ko bafise inyota yo gutsinda ariko bita bakundiye bano basore bamenyerezwa na Vivier BAHATI urukino iminota mirongo icenda yarangiye ari ubusa ku bundi 0-0 kuriyo migwi yompi. Kunganya kw’intamba mu rugamba bitumye amahirwe yo kubandanya murizo nkino agabanuka kuko mwitsinda barimwo rya mbere rya A n’ico gihugu canyuma gifise amanota make rimwe ritarenga mugihe igihugu ca Kenya gifise ikibanza ca mbere na manota ane ikayanganya na Somalia ariko ikabaruta ibitsindo vyo kwinjiza, Ethiopie ikaza mu kibanza ca gatatu n’inota rimwe co kimwe n’uburundi ariko bukarutwa ibitsindo bumaze gutsindwa. Ku mukenyuro wa 4-3-2-1 Intamba mu rugamba yatanguje aba bakinyi bakurikira: HABUKA Papy, NDIKUMANA Ali, Mosi Djuma, HABONIMANA Pacifique, NIYERA Japhet, NIBIKORA Arthur (C), MUNABA Edson, IRUTINGABO Faustin, AKIMANA Aubin, IRATANGA Flavier, MASUMBUKO Jules. Mwomenyako Intamba mu rugamba zizo subira gukina ku wa gatanu i Gitega kuri Ingoma stadium ikazotana mu mitwe na Ethiopie mu rukino rutoroshe cane ku ntamba. Ku bindi bi buga uno musi nyene mu ntara ya gitega ku kibuga Ingoma, Ethiopie yanganije ubusa ku bundi na Kenya ivyo bihugu bikaba biri mw’itsinda rimwe n’uburundi.
#EUROPE: Amakuru avurwa n’ibinyamakuru vyo ku mugabane wa buraya, Wenger arashobora kw’irukanwa, Rakitic muri Man utd.
I Foto/Footmercato. Manchester city igiye gutanguza ibiganiro na Pep Guardiola vyo kumwogereza amasezerano  azo mushikana muri 2020 akiri muruyo mugwi. (The Times). Manchester united irashobora kubura Alex Sanchez na Paul Pogba mu gice ca kabiri gishira icanyuma mu nkino zi gikombe ca FA cup. (The daily Telegraph). Trent Alexander-Arnold myugariro w’umugwi wa Liverpool, ari hafi yo gusinya amasezerano mashasha n’uwo mugwi.  (The daily Telegraph). Mauricio Pochettino umumenyereza wa Tottenham yipfuza kurangiza ivyigura n’igurishwa rya bakinyi bashasha azo zana muruyo mugwi imbere y’igikombe c’isi yose. (The Times). Arsène Wenger arashobora gutakaza akazi kiwe muri Arsenal mu mpera zuyu mwaka bivanye nuko abafana buyo mugwi batakiza kuwushigigira kuri Emirates Stadium. (Dail Mail).  Ivan Raketic amaze kwugururira imiryango umugwi wa Man utd kuwuzamwo ivyo bitunyu Fc Barcelona igira ubwo ko ishobora ku mutakaza mbere imaze kwiyumvira umusubirizi wiwe. (Daily Mirror). Abakinyi ba Manchester city bari hafi yo kuronka imiriyoni cumi za pawundi nka bonus mu mpera zuno mwaka w’inkino.  (Dail Mail).  Arsenal iriko iripfuza umukinyi akiri muto wa Fc Barcelona Robert Navarro.  (Daily Mirror). Liverpool iri mu rugamba rukomeye cane na Fc Barcelona rwo kurwanira umukinyi w’umufaransa akina muri Fc Seville, Clement Lenglet agaciro kiwe bivurwa ko ari imiriyoni 39£. (Daily Mirror). Inyuma yo gutwara igikombe co mu bwongereza, umugwi wa Man city witeguriye guha imiriyo amajana biri za ma paundi umumenyereza wabo Pep Guardiola kugira ngo ayakoreshe mu kugura abakinyi bashasha muci riza. (Daily Mirror). Phillipe Coutinho vyitezwe ko agaruka I Anfield muri rino ci riza, igihe Brezil izotana mu mitwe na Croatia mu rukino rwa kivandimwe imbere yo kuja mu gikombe c’isi yose. (The sun). Icemezo co kwongereza amasezerana muri Man utd ku mukinyi Marcus Rashford kizoteba, imvo nuko hariho ibintu batariko barumvikanako nuwo mugwi wiwe.  (The sun). Real Madrid yahawe amahirwe yo kuronka umukinyi wo hagati wa Liverpool Emre Can, amasezerano na Liverpool agiye kurangira muri mu kwezi kwa Ruheshi. (Dail Express).
#EGYPT: Imwe muri rokoro ihambaye ishobora gukorwa na Essam El Hadary mu gikombe c’isi!
Essam El Hadary arashobora kuba umukinyi wa mbere akinye urukino rw’igikombe c’isi yose afise imyaka myinshi cane muci riza. Ivyo birashobora kuba, kumvo zuko umunyegori ntabanduka w’umugwi nserukira gihugu wa misiri Ahmed El Shenawy, yarababaye kw’ivi ndetse bimaze gushirwa ahabona ko atazogara gara mugikombe c’isi yose kigiye kubera mu gihugu c’uburusiya muci riza, ivyo rero bikaba bigiye guha akaryo Essam El Hadary umunyegori wa Al-Taawoun hamwe n’umugwi nserukira gihugu wa misiri, El Hadary afise amateka menshi cane yo gusamira misiri imyaka myinshi, kuva mu 1996 gushika ubu, biboneka ko ari imyaka mirongo ibiri n’ibiri ari mwizamu rya misiri, Essam El Hadary ku myaka 45 ya mavuko inkino 154 mu mugwi nserukira gihugu, niya ramuka aja mw’igori mu gikombe c’isi yose azoca aba umukinyi wa mbere akinye igikombe c’isi yose afise imyaka myinshi ya mavuko, rokoro gushika muri kino gihe ifiswe n’umunya colombiya, Faryd Mondragon, yakinye igikombe c’isi yose afise imyaka 43 n’imisi 3, igihe umugwi wiwe wa Colombiya watana mu mitwe na Japan baratsinda (4-1), aho uyo mukinyi yakinye urwo rukino iminota itanu gusa. Essam El Hadary ninde? Muncamake Essam El Hadary kw’izina ryiwe ryose yitwa Essam Kamal Tawfiq El-Hadary n’umunyegori w’umugwi nserukira gihugu wa misiri yavutse igenekerezo rya mbere nzero mu 1973 afise imyaka 45 ya mavuko, yavukiye ahitwa Kafr El-Battikh, Damietta. Afise ubure bure bw’imetero imwe na santimetero mirongo umunani n‘umunani (1.88), akaba ari umunyegori w’umugwi wa Al-Taawoun yo mu gihugu ca Arabi saudite. Essam El Hadary yatanguye gukina ivy’umupira wa maguru mu 1991 muri Damietta mu mugwi wa bakiri bato mu gihugu iwabo, mu 1993 akina mu ruwo mugwi nyene ariko wabakuze, yaciye mu migwi myinshi cane nka Al Ahly Sc, Sion, Ismaily, Zamalek, Al Merreik, Al-Ittihad Alexandria, Wadi Degla ubu aka ari muri Al-Taawoun. Essam Kamal Tawfiq El-Hadary yatanguye kuja mwizamu ry’umugwi nserukira gihugu wa misiri mu 1996 gushika nubu.            El-Hadary ariko arigina itsinzi umugwi wiwe wa ba farao wari bamaze kuronka uburengazi bwo kuja mu burusiya mu gikombe c’isi yose. El Hadary amaze gutwara ibikombe vya afrika (Africa cup of nations) incuro zine ari kumwe na misiri mu 1998, 2006, 2008, 2010.
#RayonSport: Impamvu Pierrot Kwizera atari mu rutonde rw’abakinyi bagomba kuja muri Mozambique.
Umugwi wa Rayon sport wo mugihugu c’urwanda usanzwe ukinamwo abakinyi batari bake bamuka mugihugu cacu c’uburundi warashize ahabona urutonde rwabakinyi icumi n’icenda (19) izojana mu gihugu ca Mozambique, mururwo rutonde Pierrot Kwizera ntarimwo, impamvu ikara itukura yahawe igihe bahuye na Costol do  sol mu rukino rwambere. Itariki zi 6 ndamukiza uyu mwaka, mu rukino rwambere rwa majonjora (Play-off) zo mu gikombe ca  coupe de la confederation muri afrika CAF, Rayons sport i kigali yasinze umugwi wa Costa do sol yo mugihugu ca Mozambique ibitsindo bi tatu ku busa (3-0), murivyo bitsindo bitatu, Hussein Shaban Tchabalala yamuka hano iwacu mu Burundi yatsinzemwo bibiri hamwe na Kevin Muhire, ni mururwo rukino nyene Pierrot Kwizera yaronkeyemwo ikarata itukura bituma kutaza kugaragara mu rukino rwo gusubiriza rutegekanijwe, kuruyu wa gatatu itariki 18 ndamukiza aho Rayons sport izotana mu mitwe na Costa do Sol yo muri Mozambique. Urutonde rwabakinyi 19 Rayons sport igiye gutwara muri Mozambique naba bakurikira: Abanyegori: Abakinyi binyuma. 3.Faustin Usengimana. 4.Mutsinze Ange 5.Mugabo Gabriel 6.Nyandwi Saddam 7.Eric Rutanga 8.Irambona Eric 9.Manzi Thierry Abakinyi bo hagati. 10.Kevin Muhire 11.Niyonzima Olivier sefu 12.Yannick Mukunzi 13.Mugisha Francois. Abasatirizi. 14.Yassin Mugume 15.Shassir Nahimana 16.Djabel Manishimwe 17.Shaban Hussein Tchabalala 18.Ismail Diarra 19.Christ Mbondi. Umutahe Rayon sports yibikiye mu rukino rwa mbere ni munini cane w’ibitsindo bitatu ku busa (3-0), kuko Costa do sol isabwa gutsinda ibitsindo bine ku busa (4-0) kugira ngo ironke uburenganzira bwo kubandanya nayo mahiganwa ya Coupe de la confederation muri afrika CAF. Mwomenya ko Rayon Sports ifise abakinyi ba barundi bane bose, Pierrot Kwizera, Shassir Nahimana, Hussein Shaban Tchabalala, na Bimenyimana Bon Fils Caleb, we yahagaritswe na Caf kubijanye naya dosiye ya Rayon Sport na Lydia ludic sport for Africa yagirijwe kuba nawene yagize uruhara muri ruswa yavurwa.
#CECAFAU17.Uburundi butsindiwe i muhira na Kenya mu rukino rwokugurura..
Inkino zi gikombe ca Cecafa gihuza imigwi nserukira bihugu vyo mukarere ka afurika y’ubuseseruko kubakinyi batarenza imyaka cumi n’indwi (17) zatanguye kuruyu wa gatandatu mu ntara ya Muyinga ku kibuga Umuco. Murukino rwo kwugurura izo nkino ziriko zibera mu gihugu c’uburundi, Intamba mu rugamba yemeye gutsindirwa muhira iwabo n’igihugu ca Kenya ibitsindo bine ku busa bw’Intamba 4-0. Harambe Stars yabakiri bato vyayisavye gusa iminota cumi n’itanu yo gutsinda Intamba ibitsindo bibiri ku busa 2-0 mu gice ca mbere c’urukino, mugice ca kabiri Harambe stars (Kenya) iza gushimangira igikorwa yari yakoze mu gice ca mbere warongerako ibindi bitsindo bi biri mu gice ca kabiri urukino rurangira Intamba mu rugamba imbere ya barorerezi bayo ibonye ibitsindo bine ku busa (4-0) mwizamu ryabo. Harambe stars yabakiri bato itanguye neza yironkera amanota atatu (3) mu rukino rwambere mwitsinda rya A, rihurikiyemwo Uburundi yakiriye izo nkino, Somalia, Ethiopia. Intamba mu rugamba yabatareza imyaka 17 imenyerezwa na Vivier BAHATI yari yatanguje mu libuga abakinyi bakurikira HABUKA Papy, MOSI Djuma, IRUTINGABO Faustin, MASUMBUKO Jules, NDIKUMANA Ally, BUKURU Samir,IRATANGA Flavier, NIYONDIKO Davy Chastel, NIBIKORA Arthur, MUNABA Edson, NIKUZE Guy Chris. Mugihe kurunde rwa Kenya Harambe star imenyerezwa na Chris AMINO yatanguje mu kibuga; BRIAN Opiyo OLONGO, Hillary ODHIAMBO, Christophe RAILA, Telvin MAINA Heijkers, Costah Anjeo Nzuva, Saidi Musa KAONEKA, Arnold ONYANGO, Movine Otiendo OMONDI, Felix CHABAYA, Mathew MWENDA. Urwo rukino rukaba rwasifuye n’umuhagarikizi w’umugande azwi kw’izina rya William OLOYA Izo nkino zimirije ku bandanya ku ruyu w’imana, inkino zi tatu nizo zitegekanijwe kw’isaha 15h30 ku bibuga bi tatu bitandukanya; Somalia VS Ethiopia I ngozi ku kibuga Urukundo. Sudan VS Zanzibar I gitega ku kibuga Ingoma. Uganda VS Tanzania I muyinga ku kibuga Umuco. Mwomenya ko atari ubwambere Uburundi bwakiye kino gikombe ca Cecafa za bari musi y’imyaka 17  kuko muri 2006 bwari bakiriye ico gikombe ndetse gisigara I Burundi nyene aho murukino rwanyuma Uburundi bwatsinze Uganda ibitsindo bibiri ku busa (2-O) bikaba vyarinjijwe na D’amour na NGAMA Emmanuel.
#LIGUEB: Magara star yaraburabuje Rumonge city, Kayanza United ironkera uburenganzira  bwo kuduga muri Primus Ligue A kuri Les Crocos.
Inkino zo mu cicaro ca kabari, Ligue B mu Burundi zari zigeze mundwi yazo igira 13, yabonetsemwo uwundi mugwi ugiye guhereka  umugwi wa Rukinzo Fc wo mw’itsinda rya A, nawo ni Kayanza united yo mw’itsinda rya B iyo migwi ibiri ubu niyo imaze kuronka uburenganzira bwokuduga icicaro mu kurindira uwundi mugwi umwe uzokina amajonjora (Barrage) kugira ngo ikwire imigwi 3 izoca ikina mu mwaka uza muri Primus Ligue A, Mugihe ihiganwa ryo mu cicaro ca 2, ligue B igisigaje urukino rumwe rumwe buri mugwi. Iyondwi ikaba yagenze uku gukurikira : Kuwa gatandatu itariki 05 Rusama 2018. Ku kibuga gatwaro mu Kanyanza: Kayanza united 3-0 Les crocos. Kuri camp Rukinga mu Rumonge: Rumonge city 2-2 Magara stars. I Bubanza: Les éléphants 2-0 Busoni star. I Muramvya: Transport Fc 2-0 Rukinzo Fc. Kuri Camp DCA: Muzinga 1- 0 Bumamuru Fc Kuruyu w’imana itariki 06 Rusama 2018 Kuri Don Bosco mu Buterere 15h: ESpoir 0-2 BS Dynamik Kuri Don Bosco mu Buterere 13h: Volontaire Fc 3-0 Rusizi fc Ku kibuga Umuco i Muyinga: Unité Fc 1-0 Moso sugar. Indwi ya nyuma igira 14 yo mucicaro ca 2 ikaba itegekanijwe itariki 13 Rusama aho imigwi yose izokinira kw’isaha imwe 15h00 ku bibuga bitandukanye. Ivyizigiro: Les crocos vs Rumonge city Umuco: Unité Fc vs Busoni star Gatwaro: Kayanza united vs Les éléphants Don Bosco: BS Dynamik vs Bumamuru Fc Sosumo: Moso sugar vs Magara star Urunani: Rusizi Fc vs Rukinzo Fc Royal de Muramvya: Volontaires Fc vs Transport Fc Camp DCA : Muzinga Fc vs Espoir Fc
#PrimusLigueA: Inter stars yaburabuje LLB-S4A, Vital’o Fc yahanaguye amateka ya Olympic star, Buja city nayo ivyo gutsindwa ibigize umugenzo.
Ihiganwa rikuru ryo mu Burundi Primus Ligue, ryinjiye mundwi yaryo ya 28 aho imigwi itandukanye yatanye mu mitwe ku bibuga bitandukanye, wari umunezero kuri bamwe abandi uba umubabaro vyose ni muri indwi ya 28.  Inter star ya MIBURO Aboubakar yari yakiriye Lydia Ludic kuri Don Bosco yanganije 0-0 ibi bikaba bije kuburabuza Lydia Ludic Sport 4Africa kurara isumbije amanota umugwi wa Messager Ngozi bariko bahiganirwa ikibanza ca mbere yose ubu ikaba ifise amanota 63 mugihe Messager Ngozi izokina ejo ku w’imana na Ngozi city.  Les Lierres nayo yarimaze imisi idatsinda yaje kwiruhutsa mu kuronka amanota atatu itsinze Athletico Olympic igitsindo 1-0 cinjijwe na RUKINGAMA Ramazani Bwaya hari kuri Don Bosco mu Buterere.  Vital’o Fc yanyagiye umugwi wa Delta star ibitsindo 8-0, Nuru HAKIZIMANA wenyene atsindamwo 4, BIZIMANA Hassan bi 2, NGENZI Issa na TOYI Stive batsinda kimwe kimwe ni kurukino rwabereye mu Rumonge ku kibuga Ivyizigiro, Vital’o Fc uciye uja mu mateka yo muruno mwaka w’inkino wo gutsinda ibitsindo vyinshi mugihe ayo mateka yarafiswe n’umugwi wa Olympic star wari waratsinze Delta star nyene ibitsindo 7-0 hari mu ntango zihiganwa.  Olympic star yoyo kuva igisezererwa mu mahiganwa ya afrika (Coupe de la Confederation) ntaco igisigza mu nzira uno munsi iwayo kuri Umuco watsinzwe  Buja city 1-0, igitsindo cinjijwe na Slim Saidi aciye akwiza ibitsindo 22 mu batsinda vyinshi, Buja city ivyo gutsindwa ibigize umugenzo kuko yikurikiranije inkino zi 2 itsindwa. Musongati Fc bayikweze amashati iwayo ku kibuga Ingoma, yanganije na Messager Bujumbura 2-2,  Musongati Fc niyo yatanguye gutsinda ibitsindo bi 2 vyinjijwe na MUSORE Aaron, bigomborwa na Francois NSHIMIRIMANA kuri penariti hamwe na Madja batazira Messi. Flambeau de l’est yo mu Ruyigi yari yakiriye kuri Ingoma ku ncuro yabo yambere, yatsinzwe 2-1 na Les jeune Athletics ya Djuma Vital. Kuruyu w’imana hakaba hategekanijwe inkino zi biri gusa 15h00 i Gitega kuri Ingoma: Flambeau de centre vs Aigle Noir. 15h00 i Ngozi kuri Urukundo : Ngozi city vs Messager Ngozi.
Coupe du Président: Aigle noir na LLB-S4A niyo migwi yagwanye urugamba rukomeye cane n’ubu ikibandanya kugwana.
Photo/Ffb  Mugihe igikombe citiriwe umukuru w’igihugu kigeze mu gice ca kane gishira icanyuma dusanga umigwi ya LLB-S4A na Aigle noir niyo yahuye n’imigwi isanzwe iri mu cicaro kimwe niyo migwi gushika nubu izobandanya guhura nayo no munkino zigice ca kane muri kino gikombe citiriwe umukuru w’igihugu. Imigwi umunani niyo yaronse uburenganzira bwo kuzobandanya ico gice, 6 yose ikina mu cicaro ca mbere nayo ni : Olympic star, Lydia Ludic Sport 4Africa (LLB-S4A), Vital’o fc, Musongati Fc na Delta star iyindi 2 ikaba ikina mu cicaro ca 2, Muzinga na BS Dynamik.  LLB-S4A izohura na Vital’o fc mu gice ca kane gishira ica nyuma muri kino gikombe kw’igenekerezo rya 29 Rusama 2018 ku kibuga Umuco i Muyinga, kugira ngo ushike kuri runo rwego icegeranyo cerekana ko  yatanye mu mitwe n’imigwi yo mucicaro ca mbere gusa nayo niyi ikurikira : LLB-S4A 1-0 Le Messager Bujumbura LLB-S4A 2-0 Flambeau de l’Est  LLB-S4A 2-0  Buja city Mugihe umugwi wa Vital’o fc bazohura, wakinye n’imigwi 2 yo mucicaro ca 2 hamwe n’umwe usanzwe ukina mu ntara ico twita (Championnat Local): Kiganda city 1-12 Vital’o fc                                       Vital’o FC 2-0 Kayanza Utd                                      Rumonge city 0-0 Vital’o Fc (Penalty 4-2)  Aigle Noir izotana mu mitwe na Olympic star itariki 30 Rusama 2018 ku kibuga Urukundo  i Ngozi, nawonyene kugira ngo ushike muri kino gice ntivyaworoheye nagato kuko wagiye urakina n’imigwi yo mucicaro ca mbere gusa muriyo ni nka:  Flambeau du centre 2-5 Aigle Noir Aigle Noir 1-1 Les lierres (Penalty 5-4) Aigle Noir 4-1 Inter stars.  Mugihe Olympic star nayo ifise icegeranyo kibayabaye cane gose ugereranije na Aigle Noir bazo tana mu mitwe, wahuye n’imigwi ibiri isanzwe ikina Championnat local hamwe n’umwe wo mucicaro ca mbere:  Olympic star 4-0 Gitaza Fc Malaika 0-8 OlympicStar  Messager Ngozi 0-1 Olympic star  Musongati Fc izotana mu mitwe na BS Dynamik itariki 29 Rusama 2018 ku kibuga Ivyizigiro mu Rumonge, nawo nyene kugira ngo ushike muri kino gice wagwanye urugamba rutari ruto, aho watanye mu n’imigwi 2 yo mu cicero ca mbere ndetse n’umwe wo mucicaro ca 2: Ngozi city 0-3 Musongati Fc Musongati 3-1 Busoni Star Athletico Olympic 1-2 Musongati Fc. Burundi sport Dynamik bazohura, yoyo ikaba ifise icegeranyo kiri hasi cane aho yatanye mu mitwe n’imigwi 2 yo muri championnat local n’umwe wo mu cicero ca 2. BS Dynamik 11-0 Lumière du moso  BS Dynamik 1-0 Volontaire BS Dynamik 5-1 Muramvya City Delta star izotana mu mitwe na Muzinga Fc itariki 30 Rusama 2018 ku kibuga Ingoma i Gitega,  icegeranyo cerekana ko kugira uyo mugwi ushike muri kino gice watanye mu mitwe n’imigwi iri muri championnat local ibiri hamwe n’umwe wo mucicaro ca 2 Rusizi Fc 1-2 Delta star Delta Star 5-2 Santé FC Club Matana  5-2 Delta star Mugihe Umugwi wa Muzinga Fc icegeranyo cerekana ko ata na hamwe utaniye na Delta star kuko nawonyene wahuye n’imigwi ibiri ibayabaye cane hamwe n’umwe wo mucicaro ca 2: Muzinga Fc 2-0 Mapenzi Fc  Transport 0-1 Muzinga FC
Club Kiremba Bururi 0-1 Muzinga.
#PrimusLigue: Ngozi city na Messager Ngozi muri Derby, Inter stars gukinira kudakoroka icicaro, LLB-S4A kugwanira ikibanza ca mbere.
Ihiganwa rikuru ryo mu Burundi Primus Ligue A mumpera zino ndwi iryo higanwa, rizokwinjira mu ndwi yaryo igira 28 ku musi wa gatandatu no kuwamungu ku bibuga bitandukanye, aho hategekanijwe inkino zikomeye cane nk’imigwi ya Ngozi city ikinira kudakoroka icicaro igiye gutana mu mitwe na Messager Ngozi yo igwanira ikibanza ca mbere mugihe iyo migwi yose iva mu ntara imwe ya Ngozi (Derby), Inter Stars igwanira kudakoroka icicaro nayonyene igiye guhura  na LLB-S4A yipfuza kwiyongera igikombe ca Primus ligue yatwaye mu mwaka uheze. Itariki 05/Rusama/2018. 13h00 ku kibuga ca Don Bosco: Les lierres vs Athletico Olympic. 13h00 ku kibuga Ingoma i Gitega: Flambeau de l’est vs Les jeunes Athletics. 15h00 ku kibuga Ingoma i Gitega: Musongati vs Messager Bujumbura. 15h00 ku kibuga Ivyizigiro mu Rumonge : Vital’o fc vs Delta star. 15h00 ku kibuga Urukundo i Ngozi: Ngozi city vs Messager Ngozi. 15h00 ku kibuga ca Don Bosco Buterere: Inter stars vs Llb-S4A. 15h00 ku kibuga Umuco i Muyinga: Olympic star vs Bujumbura city. Itariki 06/Rusama/2018 hategekanijwe urukino rumwe gusa.  15h00 ku kibuga Ingoma i Gitega: Flambeau du centre vs Aigle noir Fc.  Uko imigwi isumbana sumbana n’inkino bamaze gukina nako n’uku gukurikira: Mugihe abakinyi bamaze kwinjiza vyinshi nabo naba: SHAKA Bienvenue wa Aigle Noir afise ibitsindo 25. Slim Saidi wa Olympic star afise ibitsindo 21.
#OlympicStar : iri niryo banga uyu mugwi wakoresheje kugira ngo usezerere Messager Ngozi mu gikombe c’umukuru w’igihugu.
Wilson Kwizera,HM Uburyohe bwo gusezukira igihugu niryo banga umugwi wa Olympic star wakoreshe kugira ngo usezerere Messager Ngozi mu gice c’umunani gishira icanyuma mu gikombe citiriwe umukuru w’igihugu, ku gitsindo kimwe rukumbi cinjijwe na Slim Saidi. Murukino rwabereye mu ntara ya Gitega  ku kibuga ingoma, mu gice c’umunani gishira icanyuma hagati ya Olympic star yasezereye umugwi wa Messager Ngozi igitsindo kimwe ku busa cinjijwe na slim Saidi, uburyohe bwo gusubira guserukira igihugu niryo ryonyene banga Olympic star yakoreshe kugira ngo ikure muriyo higanwa umugwi wa Messager Ngozi. « Nta banga na rimwe twari twibikiye, kiretse ko abakinyi banje bamaze kumenya uburyohe bw’ingendo (Guserukira igihugu) iryo niryo banga rikuru novuga ko twakoreshe, ivyo navyo bibatuma kwitanga cane kugira ngo barabe ko bazosubira guserukira igihugu no mu mwaka uza incha’allah (Imana ibishatse).» ivyo nivyashikirijwe n’umumenyereza wa kera wa Inter stars, NAHIMANA Hussein Welo amenyereza umugwi wa Olympic Star muri kino gihe uyobowe na Simeon BARAYANDEMA, usanzwe ari nawo ufise kino gikombe, aho Welo yongeye kumenyesha ko abakinyi biwe bafise inyota yo gusubira guserukira igihugu ubugira kandi. Mwomenyako no  mu mwaka uheze Olympic star niyo yatsinze kandi 2-1 umugwi wa Messager Ngozi muri kino gikombe nyene.  Izindi nkino uko zagenze uno musi no ku musi w’ejo muri kino gikombe zikaba zagenze uku gukurikira : Ku ruyu wa gatatu itariki 02 Rusama 2018. Athletico Olympic 1-2 Musongati, urukino rwabereye  i Muyinga. Club Kiremba de Bururi 0-1 Muzinga, urukino rwabereye mu Rutana . Burundi Sport Dynamic 5-1 Muramvya city, urukino rwabereye I Ngozi. Messager Ngozi 0-1 Olympic star, urukino rwabereye I Gitega.  Ku ruyu wa Kabiri itariki 01/Rusama/2018. Aigle Noir 4-1 Inter stars, urukino rwabereye  i Muyinga. Lydia Ludic 2-0 Flambeau de l’est urukino rwabereye i Gitega. Santé de Ngozi 2-5 Delta star. Vital’o fc 0-0 Rumonge city ( penalty 4-2) urukino rwabereye mu Rumonge. Inkino zi gice ca kane gishira icanyuma nuko, umugwi wa Vital’o fc uzo hura na Llb, Olympic star na Aigle Noir, Musongati vs BS Dynamic hama Muzinga ihure na Delta star izo nkino zetegekanijwe ku magenekerezo ya 29 na 30 Rusama 2018.
#ChampionsLeague: Real Madrid finale 16, Zinedine zidane ahambije Marcele lipi, Karim Benzema yavuye mugacere.
The Champions League trophy Inkino z’igikombe ca UEFA champions Leauge zigeze mû gice ca kabiri gishira icanyuma aho umugwi wa Real Madrid canke Los Blancos umaze kuronka itike ryo kuja mu rukuno rwanyuma rwa finale, inyuma yo gusezera umugwi wa Bayern Munich wo mugihugu c’ubudagi ku bitsindo bine kuri bitatu (4-3) mu nkino zose zi biri, urwambere i Allianz Arena 2-1 n’urwo gusubiriza i Santiago Bernabeu 2-2. Mugihe biruko, amateka n’imenshi yaraye akozwe n’imigwi ndetse n’abakinyi batandukanye,
Umugwi wa Real Madrid ugeze muri finale yayo igira 16, Zinedine Zidane ahambije umumenyereza Marcele Lipi yamenyereza kera Juventus, Karim Benzema yahavuye ava mu gacerere ko kudatsindira Real Madrid. Mu kahise k’umugwi wa Real Madrid umaze gutakaza inkino za nyuma za (finale) za UEFA champions Leauge zishika kuri zitatu gusa muri finale 15 buretse iyi bagiye gukina igira 16 izobera mu gisagara ca Kiev, 1981 umugwi wa Real Madrid waratakaje urukino rwa nyuma aho watsinzwe na Liverpool igitsindo 1-0 n’urukino rwabereye i Paris ku kibuga ca Park des princes, bayitakaza no mu 1961 batsinzwe na Benfica de Lisbonne 5-3 urukino rwabereye i Amsterdam ku kibuga Olympique , basubira kuyitakaza kandi mu 1964 aho batsinzwe na Inter de Milan 3-1 urukino rwabereye i Vienne ku kibuga Prater. Zinedine Zidane umumenyereza wa Real Madrid ahambije umumenyereza wa kera wa Juventus de Turin, Marcele Lipi mu kwikurikiranya gushika mu nkino za finale za champions Leauge zi incuro 3, mu mwanya atari muremure cane amenyereje Real madrid, iyi n’incuro igira ga 3 y’ikurikiranije kuva muri 2016, 2017, 2018.
Karim Benzema we yahavuye ava mugacere ko kudatsindira umugwi wiwe mu nkino zo gukura kuranamwo (Knock-out) inyuma yo gutsinda ibitsindo bi 2 umugwi wiwe, yarabiherutse kuwutsindira muri 2014 igihe Real Madrid yahura na Schalke. James Rodriguez wa Bayern Munich abaye umukinyi agira indwi atsinze umugwi wa Real Madrid yahora akinamwo, abandi babikoze ni nka: David Beckham, Alvaro Morata, Van Nistelroy, Fernando Morientes, Arjen Roben, na Zamorano. Cristiano Ronaldo n’ubwo atatsinze igitsindo muri zino nkino zi 2 zahujije Real Madrid na Bayern Munich, aracari uwambere n’ibitsindo vyinshi amaze gutsinda uno mwaka 15, n’imugihe kandi ariwe afise ibitsindo vyinshi gusumba abandi mu kahise kiryo higanwa n’ibitsindo 120, Messi 100, Raúl González umukinyi wa kera wa Real Madrid 71, Rud Van Nisterlooy umukinyi wa kera wa Manchester United na Real Madrid ibitsindo 56, hamwe na Karim Benzema afise 54.
Burundi-Football: Sobanukirwa ivy’igikombe c’itiriwe ic’umukuru w’igihugu.
Www.magaratimes.com                                                   Igikombe c’itiriwe ic’umukuru w’igihugu (Coupe du Président), n’igikombe giha uburengazira uwugitsindiye kuzoserukira uburundi mu mahiganwa y’imigwi yatwaye ibikombe iwabo (Coupe de la confédération) zo ku mugabane wa afrika. Uretse imigwi isanzwe iri mucicaro ca mbere ni ca kabiri yama yitabira inkino za kino gikombe, n’imigwi isanzwe iri mu vyicaro bitoyi yo mu ntara hagati hamwe n’imigwi yabikorera utwabo nayonyene birashika iyo yiyandikishije ikitabira inkino zici gikombe citiriwe ic’umukuru w’igihugu. Ici gikombe c’uyu mwaka 2018 kigira icenda mu kahise kaco, ico mu mwaka uheze catahukanywe n’umugwi wa Olympic star wo mu ntara ya Muyinga gutyo ubona amahirwe yo guserukira igihugu kuncuro yabo yambere. Lydia Ludic sport 4africa niwo mugwi umaze gutahukana akenshi kino gikombe incuro 3, igakurikirwa n’iyindi migwi nka Academié Tchite, Athletico Olympic, Vital’o fc, Messager Ngozi na Olympic star imaze kugitahukana rimwe rimwe, mugihe umugwi wa Messager Ngozi ariwo umaze gukina inkino nyishi za nyuma (Finale) incuro zi 4, umugwi wa Moso sugar niwo mugwi wo mu cicaro co hasi umazi gushika kure, mugice ca kabiri gishira icanyuma (Demi-finale) hari muri 2016 wakina ihiganwa ryo mu ntara (Championnat local) aho wasezerewe n’umugwi wa Messager Ngozi. Imiriyoni 10 za mafranga ya marundi nizo zihabwa umugwi utsindiye ici gikombe citiriwe ic’umukuru w’igihugu. Ici gikombe c’uyu mwaka 2017/2018, inkino zaco ubu zigeze  mugice c’umunani gishira icanyuma, aho kuruyu wa kabiri itariki 01 Rusama  2018 hategekanijwe inkino 7 ku bibuga bitandukanye uku niko zizokinwa. Mu Rumonge ku kibuga Ivyizigiro 13h00: Vital’o FC vs Rumonge city I Gitega kuri Ingoma 15h00: LLB vs Flambeau de l’est Mu Rutana kuri Sosumo 15h00: Club Kiremba (Bururi) vs Muzinga Fc I Ngozi kuri Urukundo 15h00: BS Dynamic vs Muramvya City I Muramvya kuri Royal 15h00: Santé fc de Ngozi vs Delta star I Muyinga kuri Umuco hategekanijwe inkino zi biri: 13h00: Atletico olympic vs Musongati 15h00: Aigle noir vs Inter stars Kuruyu wa Gatatu itariki 2 Rusama 2018. I Gitega kuri Ingoma 15h00: Messager Ngozi vs Olympic star.
Lydia Ludic sport 4Africa: Abakinyi ntibarakura ndetse n’ubwenge bwabo sikirenga.
www.magaratimes.com Abakinyi bw’umugwi wa Llb ngo ntibarakura, baracari abana no mu bwenge bwabo si kirenga. Ayo namwe mu majambo yavuzwe na BANKUWIHA Emmanuel batazira Mayele umumenyereza wa Lydia Ludic sport 4Africa yabivuze inyuma yaho umugwi wiwe utsindiye Bujumbura city (1-0) ariko ihushije ibitsindo bitari bike mu gice ca kabiri c’urukino, ico gitsindo kimwe cinjijwe na Harerimana Moussa Hafidh, hari mu mundwi ya 27 ya Primus ligue urukino rwabereye ku kibuga ca Don Bosco mu Buterere. Umumenyereza wa Llb, BANKUWIHA Emmanuel ati  » ikintu twabuze mu gice ca kabiri n’ishaka ry’abakinyi, abakinyi biwacu umengo baracari abana benshi ntibategera ivyo tubabwira nico twabuze mu gice ca kabiri, mubisanzwe urabona tumaze kuronka igitsindo kimwe mugice ca mbere, urabona ko twahushije uburyo butatu bwo kwinjiza bw’abakinyi basanzwe bakina mu mugwi nserukira gihugu (intamba mu rugamba) niwashaka, urabona ko gukura kwabo mu bwenge atari ikirenga baracari abana » Yashikirije ivyo inyuma yo kutishimira ukuntu abakinyi biwe bitwaye mu gice ca kabiri c’urwo rukino rwabahujije na Buja city ya Omar NTAKAGERO, aho Bulimwengu Jules, Ndizeye Seif na Bazunza Jamal bahushirije ibitsindo biboneka. Mayele  yabandanije amenyesha ko yishimiye itsinzi baronse, amenyesha kandi ko inkino zose bazitegura cokimwe kandi bafise intumbero yo gutahukana igikombe uno mwaka ariko bakabanza kurindira gushika mu mpera zihiganwa.
CECAFA U-17: Tanzanie igiye mu mateka y’ibihugu bimaze gutwara rino higanwa.
Umugwi nseukira gihugu wa Tanzanie, Serengeti boys niwo watwaye igikombe ca Cecafa ca batarenza imyaka 17 batsinze ibitsindo bibiri ku busa igihugu ca Somalie, ibitsindo vyinjijwe na Edson NSHIRAKANDI ku munota wa 25′ hamwe na Japhary Juma MTOO ku munota wa 66′ mu rukino rwabaye kuruyu w’imana ku kibuga Ingoma mu ntara ya Gitega.   Www.magaratimes.com Muri runo rukino rwanyuma rwa (finale) ya cecafa u-17 rwabereye mu ntara ya Gitega ku kibuga ingoma rwagaragayemwo ibice bi tatu hambavu y’ibice bibiri nkuko twari dusanzwe tubimenyereye mu mupira wa maguru  ivyo bice bitatu vyaje kuboneka bivanye nuko haguye imvura nyinshi cane mu gisarara ca Gitega mu gice ca mbere c’urukino, kuburyo urukino rutari kubandanya mugihe mukibuga harimwo amazi yariko arabuza umupira kudatembera neza, bari bamaze gukina iminota 10′ yose, umuhagarikizi yamuka muri Kenya, Israel Lemayian MPAIMA afashijwe na Willy HABIMANA umurundi hamwe na Belachew YETAYEW, bashima guhagarika urukino. Imvura ihise urukino rurasubira ukuri kwamye niko ku munota wa 25′ igihugu ca Tanzanie kironka igitsindo ca mbere cinjijwe na Edson NSHIRAKANDI yari yambaye inimero 17 ku mugongo kutyo igice ca mbere kirangira ari igitsindo kimwe ca Serengeti boys ku busa bwa Ocean Stars ba Somalie. Igice ca kabiri c’urukino igihugu ca Somalie kiza hejuru muvyo gutembereza umupira irerekana ko yipfuza kugombora igitsindo ariko biranka bivanye n’abakinyi binyuma ba Serengeti boys nka Salum LUPEPO na Lenox CHANDE bari bahagaze neza cane babifashijwemwo n’umunyegori wabo Bashir ABDUL.  Ubusamazi bw’abakinyi ba Somalie bari baheje guhusha igitsindo ku munota wa 65′, Serengeti boys irabasatira kumupira wavuye kumpande z’ikibuga kuri LADAKI Chasambi ahereza umupira mwiza Japhary Djuma Mtoo arikumwe n’umunyegori wa Somalie, ABDULHMAN Juma ashiramwo icakabiri gutyo, amahirwe yo kugombora igitsindo kuri Somalie yari yerekanye ko yipfuza kugombora igitsindo kimwe igihugu ca Tanzanie aragabanuka. Serengeti boys imaze kuronka igitsindo ca kabiri baciye bigarukira imyuma basiga umusatirizi wabo umwe imbere, Kevin Paul, Somalie iragerageza gusatira ariko ntacavuyemwo, iminota 90′ hongerwako iyindi 3′ ariko urukino rurangira ari 2-0. Tanzanie, Serengeti boys itwaye igikombe cabo mbere ca Cecafa u-17 imbere y’amaso y’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira wa maguru muri africa CAF, AHMAD Ahmad hamwe n’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira wa maguru mugihugu c’uburundi FFB, Reveriyano NDIKURIYO bari bateye iteka urwo rukino. Japhary Djuma Mtoo umusatirizi wa Serengeti boys, niwe mukinyi yagaragaye cane kuri ino cecafa kuruhande rw’igihugu ca Tanzanie ndetse no muri cecafa muri rusangi, kuko wenyene yinjirije uyo mugwi ibitsindo 4, ibitsindo anganya n’umunyakenya Isaih Abwal. Igihugu ca Tanzanie kibaye igihugu ca 3 gitwaye kino gikombe ca Cecafa ca batarenza imyaka 17 ca 2018 cabereye mu gihugu c’uburundi mu ntara zi 3 Gitega, Muyinga, Ngozi. Ibindi bihugu bimaze gutwara kino gikombe n’igihugu c’uburundi catanguye kugitwara muri 2007 hamwe n’igihugu ca Uganda muri 2009. Igihugu ca tahukanye ikibanza ca 3 ni Uganda yatsinze igihugu ca Kenya ibitsindo 4-1, urukino rwabaye kuruyu wa gatandatu ku kibuga citiriwe Urukundo.
#AigleNoir: Abakunzi buyu mugwi nta ngingo nimwe bashobora gufata kuvyerekeye ubuzima bw’umugwi.
Www.magaratimes.com Abakunzi bâ Aigle noir (The fighters) nta ngingo nimwe bashobora gufata kubijanye n’ubuzima bwuyo mugwi, ivyo n’ivyashikirijwe na Joslin BIPFUBUSA, umumenyereza wa Aigle noir mu kiganiro yahaye Magaratimes inyuma yo gutsinda (3-0) umugwi wa Les Lierres muri Primus Ligue A kuruyu wa gatandatu ku kibuga ca Don Bosco kiri muri zone Buterere. Joslin BIPFUBUSA yagize ati « Abafana nta ngingo nimwe bashobora gufata mu mugwi, uburongozi bw’umugwi bwarahagaritse abo bakinyi nuko bufise impamvu kandi ivyabaye vyose twese twari dusazwe tubizi, twari dufise abakinyi 27 havuyemwo abakinyi indwi dusigarana abakinyi mirongo ibiri kandi abo mirongo ibiri basigaye turabizera, noneho bashoboye gukina uno musi baratsinda ibitsindo bitatu » vyashikirijwe nuyu mugabo yigeze kumenyereza kera umugwi wa Messager Ngozi, Joslin BIPFUBUSA, abishikirije inyuma yaho abakunzi ba Aigle noir basabiye igarukanwa mu mugwi abakinyi 7 buyo mugwi birukanywe. Umumenyereza wa Aigle noir yagabishije kandi abo bakunzi ko nibabanya bakoma induru yo kuguma basaba ko bogarukana abo bakinyi, barashobora no kutabaronka, nubu kandi Joslin BIPFUBUSA yagize ati  » Kukibazo cuko imbabazi zishobora guhabwa abo bakinyi bizova mu burongozi bw’umugwi ariko ntibishobora kuva kubafana kandi nibabandanya bashiramwo induru nyishi kurico kintu barashobora no kutaronka abobakinyi, nibabanze basubire hasi bareke uburongozi bukore akazi kabo » Twobibutsa ko abakinyi birukanywe muruyo mugwi ari: NDAYISHIMIYE Youssouf Nyange, NDIKUMANA Jean Etando, RUKUNDO Therence, NAHIMANA Elois Fils, NAHIMANA Moïse, IRAKOZE Yves na NDAYISHIMIYE Eric.
#BurundiFootball: Umusi umwe Uburundi burashobora kuzo kwakira inkino za CAN!.
Peace Park stadium Mû myaka y’imbere uburundi burashobora kuzokwakira inkino za CAN ivyo ni bimwe mû vyashikirijwe n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu karere ka afrika y’ubuseruko no hagati (CECAFA), Nicolas Msonyi, ashikirije ivyo inyuma yo kugendera ibibuga bitandukanye vy’igihugu c’uburundi vyo mu ntara hagati biriko birubakwa. Nicolas Msonyi mû rugendo yagize mû ntara hagati, yaratembereye intara za Makamba na Ruyigi ahariko harubakwa ikibuga ca Peace Park stadium co mû ntara ya Makamba mûgihe mû Ruyigi hariko hasubirwamwo ikibuga c’itiriwe Urumuri aho Nicolas Msonyi yabonanye na Buramatari w’intara ya Ruyigi, ABDALLAH Hassan nkuko mu bibona kuriyi foto irihasi.
Ruyigi/urumuri Umumyamabanga mukuru wa cecafa yamenyesheje ko ashimishijwe n’urugendo yagize mu ntara hagati aho yiboneye ibibuga bitandukanye biriko birubakwa n’igihugu c’uburundi, muyandi majambo yiwe yo gukeza no gutanga icizere, Nicolas Msonyi yagize ati: « Ndakeje abarundi kuntambwe nziza bagezeko, ndabahaye icizere yuko umusi urizina uburundi buzokwakira inkino z’imigwi nserukira bihugu za afrika CAN, igikuru nuko ivyo bibuga vyokorwa mu buryo mpuzamakungu » ivyo nivyavuzwe n’uwo mugabo yamuka mu gihugu ca Kenya, akomeye cane muri cecafa. Akaba yongeye kumenyesha ko umusi igihugu c’uburundi kizoshakira kwakira inkino za CECAFA Challenge cup za bakuze gishobora kubisaba iryo shirahamwe naryo rikicarana na AZAM TV bakaraba ikibereye kugira ngo bafashe izo nkino zizokinwe. Igihugu c’uburundi kimaze kwubaka ibibuga bitandukanye nk’ikibuga umuco kiri mu ntara ya Muyinga, Urukundo mu ntara ya Ngozi, Ingoma mu ntara ya Gitega, Ivyizigiro mu ntara ya Rumonge, Urunani mu ntara ya Cibitoki n’ibindi biriko birubakwa bitarahera, ivyo ni bimwe mubintu nyamukuru bitumye abantu, abakunzi b’inkino muri rusangi batofata minenerwe amajambo yashikirijwe n’umunyamabanga mukuru w’isharahamwe ry’umupira wa maguru muri africa y’ubuseruko no hagati Cecafa, Nicolas Msonyi ko bizoshika. Ivyo biruko mugihe ikibuga ikibuga citiriwe Urukundo co mu ntara ya Ngozi caremejwe n’ishirahamwe ry’umupira wa maguru muri afrika CAF ko ari ikibuga mpuzamakungu, ico naco kikaba ciyongeye kuri ca kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore kiri mu gisagara ca Bujumbura, ubu kiriko kirasubirwamwo gushasha.
PRIMUS LIGUE A : Vital’o Fc ihaye akamwemwe Llb, Aigle Noir irahushura Les Lierres Fc, Athletico olympic irarokotse.
Www.magaratimes.com Indwi ya 27 ya Primus Ligue yagaragayemwo umunezo n’umubabaro kuri ku migwi imwimwe, kuva aho ino ndwi  yatanguriye kuruyu wa gatanu gushika kuruyu wa gatandatu kubibuga bitandukanye vyo mugihugu c’uburundi. Kuruyu wa Gatandatu itariki 28/ndamukiza/2018. Imwe mu migwi yagize umunezero udasanze ni Lydia Ludic sport 4 Africa, yari ku kibuga ca Don Bosco co mu Buterere igihe c’isaha 15h, yatsinze kimwe ku busa  (1-0) Buja city, igitsindo cinjijwe na HARERIMANA Moussa Hafidh ku munota wa 45’ w’igice ca mbere, urukino rwa hagarikiwe na MANIRAKIZA Bertrand afashijwe  na Pascal NDIMUNZIGO hamwe na MANIRAKIZA jean claude. Vital’o Fc ku kibuga ivyizigiro yongereza akamwemwe Llb mu kubatsindara Messager Ngozi igitsindo kimwe ku busa (1-0), igitsindo cinjijwe na Nuru HAKIZIMANA umukinyi wa kera wa Muzinga Fc ku munota wa 44’, hari mu rukino rwasifuwe na NIMBONA Eric afashijwe na NIBOGORA Olivier hamwe na NIYONGABO Emery.  Aigle Noir yakiriwe na Les Lierres kuri Don Bosco, itsinda bitagoranye Les lierres, ibitsindo bi tatu ku busa (3-0), SHAKA Bienvenue atanakimwe ashaka gusigaza munzira atsindamwo bibiri wenyene hamwe na AKANAKIMANA Bienvinue atsinda ikindi. Uru rukino rwa hagarikiwe na HAKIZIMANA Bienvenue umuhagarikizi wo hagati hamwe n’abamufashije NIYUNGEKO Shaban na Désire NKURUNZIZA. Athletico Olympic yari yagendeye Flambeau du centre mu ntara ya Gitega ku kibuga Ingoma, itsinda uyo mugwi bigoranye cane ibitsindo bi tatu kuri bibiri (4-3), ibitsindo vyose vya Athletico olympic vyinjijwe na KAVUMBAGU junior Enteko umukinyi wa kera wa Vital’o Fc hamwe na Madjaliwa Sadiki kizigenza wuyo mugwi, mugihe ibitsindo vya Flambeau du centre vyinjijwe na Yahya Sadiki bibiri (2) na NDUWAYO Fadhili kimwe (1). Ku wa gatanu itariki 27/Ndamukiza/2018. Olympic star ku kibuga Umuco yari yakiriye Messager Bujumbura, irayitsinda (2-0) ibitsindo vyose vyinjijwe na Slim Saidi. Musongati  ku kibuga Ingoma, itsinda  (5-1) Les Jeunes Athletics, ibitsindo vyinjijwe na Deo NDAYISHIMIYE bi (2), Djuma Mohammed (2) na IRAKOZE Saidi kimwe. Ngozi city ku kibuga urukundo, yaratsinze (2-0) Delta star, Gutsindwa kwa Messager Ngozi bitumye LLb yegera cane uyo mugwi ubu ikaba irutana inota ritarenga rimwe gusa (1), Messager Ngozi iri mu kibanza ca mbere n’amanota 63, mugihe LLB ifise amanota 62 n’urukino rumwe rw’ikirarane itarakina, urukino ruzo yihuza na Olympic star itariki zi 6 Rusama 2018. Kuruyu w’imana 29/Ndamukiza/2018. 15h00: Olympic star izokwakira iwayo ku kibuga umuco Inter stars.  Abakinyi bamaze gutsinda vyinshi ni: SHAKA Bienvenue wa Aigle Noir afise ibitsindo 25 mu nkino 27. Slim SAIDI wa Olympic star afise ibitsindo 21 mu nkino 24. Imigwi 4 ya mbere ni: 1.Messager Ngozi n’amanota 63 2.LLB n’amanota 62 3.Aigle Noir n’amanota  55 4.Vital’o fc  n’amanota 5O Imigwi 3 iri mu bibanza vy gu koroka ni: 1.Messager Buja n’amanota 23 2.Les Jeunes n’amanota 17 3.Delta star n’amanota 9 Mwomenyako ihiganwa risigaje inkino zi 3 ku migwi imwimwe ngo rirangire.
CECAFA U-17 : Amateka igihugu c’uburundi, intara ya Gitega n’ikibuga Ingoma bigiye guterwa.
Inyuma yo kumenyekana ko ikibuga Ingoma kiri mu ntara Gitega arico kizo kwakira urukino rwanyuma (finale) ya Cecafa yabatarenza imyaka cumi n’indwi (CECAFA U-17) hagati y’igihugu ca Tanzanie na Somalie kuruyu w’imana, itariki 29 ndamukiza 2018, iryo n’iteka ridasanzwe ku bibuga bisanzwe biri mu ntara hagati, kibaye ikibuga ca mbere co mu ntara hagati cakiriye urukino rwa nyuma mu nkino za Cecafa U-17. Hambavu yiryo teka Uburundi, intara ya Gitega  hamwe n’ikibuga Ingoma muri rusangi bitewe, bigiye kwakira abategetsi batandukanye harimwo umukuru w’igihugu ca Somalie, Mohamed Abdullahi Mohamed Farjaamo azoza gushigikira abasore biwe ba Ocean stars, nkuko vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’imigenderanire nayandi makungu w’uburundi, Ezéchiel NIBIGIRA mw’ikete yandikiye ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza asabira umutekano ukwiye, umukuru w’igihugu ca Somalie.  Mohamed Abdullahi Mohamed Farjaamo aje kuba yiyongera kuri, Ahmad Ahmad umukuru w’ishirahwamwe ry’umupira wa maguru muri afrika CAF, we vyamenyekane kuva kare ko azoza gutera iteka urwo rukino rwanyuma rwa Cecafa u-17.  Ikibuga ingoma kigiye kuja muri kahise ki bibuga bimaze kwakira inkino za nyuma za cecafa u-17, inyuma y’ikibuga umuganwa rudoviko rwagasore (Stade Prince Louis Rwagasore) co mu gisagara ca Bujumbura 2007, hamwe n’igihugu ca Sudan cakiriye ayo mahiganwa muri 2009.
PRIMUS LIGUE B: Transport fc yanganije n’umugwi wa nyuma, Kayanza utd irahagarikwa, Rumonge city iracumbagira.
Www.magaratimes.com Mundwi ya 12 ya Primus Ligue B, icicaro ca kabiri mu Burundi, yatanguye kuruyu wa gatanu ku bibuga bitandukanye vyo mu gihugu iwacu, umugwi wa Transport wanganije ubusa ku bundi (0-0) na Espoir Fc iri mu kibanza ca nyuma mw’itsinda rya A, urukino rwabereye ku kibuga ca DCA  kiri mw’inkambi y’abasirikare mu kigobe.  Transport Fc yamenyerejwe na NAHIMANA Rodrigue,icegera c’umumenyereza mukuru Robert BIMENYIMANA we atagaragaye ku ntebe y’ubumenyereza muri runo rukino, imvo ari mu rugendo rwa kazi, bagerageje kurondera itsinzi hasi hejuru ariko biranka gutsinda umugwi wa Espoir fc wari uyobowe na kizigenza, NDIKUMANA François benshi bazi kw’izina rya Epo bivanye nuko abakinyi ba Espoir Fc bakinira kurondera amanota azotuma badakoroka icicaro, bari mu kibanza ca nyuma mwitsinda ryabo rya mbere ariryo A n’amanota 9 mu gihe bagisigaje inkino zi 2. Kubindi bibuga, Rumonge city yo mu ntara ya Rumonge kuri Camp Rukinga inganya (1-1) na Les elephants yi Bubanza bitunye iciye icumbagira mu kurwanira ikibanza ca mbere na Kayanza utd, yo yahagarikijwe na Unité Fc ya Frank GAHUNGU ku kibuga umuco kiri mu ntara ya Muyinga, itsindwa  igitsindo kimwe ku busa (1-0). Moso sugar yo mu ntara ya Rutana itsinda igitsindo kimwe ku busa (1-O) Les crocos yo mu Rumonge. Iyi ndwi ya 12 itegekanijwe kubandanya kw’itariki 28 na 29 ndamukiza 2018.  Ejo kuwa gatandatu hategekanijwe urukino rumwe gusa igihe c’isaha icenda (15h) ku kibuga co muri Camp Rukinga mu ntara ya Rumonge, Magara star imenyerezwa na Christian KABERA batazira Mourihno izokwakira Busoni star yo mu ntara ya Kirundo. Ku musi w’imana haho hazokinwa inkino zi 3. Inkino zi 2 murizo zi 3, zizobera ku kibuga ca Don Bosco kiri muri zone Buterere mu gisagara ca Bujumbura. Isaha 13h00: Volontaire Fc izotana mu mitwe na Muzinga Fc, umugwi w’igisirikare c’uburundi. Isaha 15h00: Rukinzo Fc y’igiporisi yambikane na B.S Dynamik y’igiporisi gicungera inzego za reta. Urundi rukino ruzobera ku kibuga Urunani kiri mu ntara ya Cibitoki, igihe c’isaha 15h00 hagati y’imigwi ya Rusizi Fc na Bumamuru Standard yose yo mu ntara ya Cibitoki.
CECAFA U-17: Serengeti boys na Ocean stars niyo migwi yaronse uburenganzira bwo kuja mugice ca nyuma.
WWW.magaratimes.com Igihugu ca Tanzanie aribo Serengeti boys hamwe na Somalie ari Ocean boys nivyo bihugu vyaronse uburengazira bwo gukina igice ca nyuma ca finale muri CECAFA U-17. Ni nyuma yaho Tanzanie yatsinze 2-1 igihugu ca Kenya mu gice ca kabiri gishira icanyuma kuruyu wa gatatu, mu rukino rwabereye mu ntara ya Muyinga ku kibuga Umuco. Mugihe Somalie yatsinze 1-0  igihugu ca Uganda ku rukino rwabereye mu ntara ya Gitega ku kibuga Ingoma. Ivyo bihugu bibiri Tanzanie na Somalie nivyo vyaronse uburengazira bwo kuzokina urukino rwa nyuma rwa finale ya Cecafa ya bari musi y’imyaka 17, urukino ruzoba kuruyu w’imana igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2018, ruzobera mu ntara ya Gitega ku kibuga Ingoma, bitegekanijwe ko Ahmed Ahmed umukuru w’ishirahamwe ry’umupira wa maguru muri Afrika CAF atagihindutse ashobora kuza gutera iteka urwo rukino.  Igihugu ca Tanzanie (Serengeti boys) ishitse mu gice ca nyuma ibifashijwe na Jafari Juma Mtoo hamwe na Kelvin Paul mugihe igitsindo kimwe ca Kenya cinjijwe na Isaih Abwal. Igice ca mbere c’urukino carangiye imigwi yose inganya kimwe ku kindi (1-1), igigugu ca Kenya nico catanguye kuronka igitsindo hakiri kare gose cane ku munota w’icenda, igitsindo c’injijwe na Isaih Abwal aho vyabonetse ko Kenya inyuma yokuronka ico gitsindo ntibahagarikije gusatira igori rya Serengeti boys, igitsindo ariko kitafashe umyanya muremure cane kugira ngo kigomborwe, iminota 13 gusa niyo cafashe, Serengeti boys barakigombora igikesheje Jafafi Juma Mtoo vyumvikana ko hari ku munota wa 22’, Kenya ibandanya isatira ariko atanakimwe vyavuyemwo.  Igice ca kabiri mu minota ya mbere abasore ba Serengeti boys baza berekana ishaka ryinshi cane, basatira bimwe bikomeye izamu rya Kenya, ku munota wa 54’ wu rukino Kelvin Paul bivuye ku busamazi bw’abakinyi binyuma ba Kenya, aba arabacumisemwo ica kabiri, mu minota 10’ yanyuma Serengeti boys iza kuzibira izamu ryayo ivyo bisubira guha akaryo Kenya kubasatira gose mw’izamu ryabo ariko iminota mirongo icenda irarangira, umuhagarikizi w’urukino akomoka mu gihugu ca Ethiopie, Amanuel Heleselass WORKU yongeramwo iminota inne ya gasunuzo ariko ntacavuyemwo,  urukino rurangira Serengeti boys 2 Kenya 1.  Ku mukenyurwo wa 4-4-2 Serengeti boys wakinye, wifashije abakinyi bakurikira: Salum Lupepo, Alpfonce Msanga, Mustapha Nankuku, Jafari Juma Mtoo, Morice Ibrahim (C), Pascal Msindo, Lenox Chande, Edson Nshirakandi, Bashir Abdoul (GK), Agiri Ngonda, na Kelvin Paul. WWW.magaratimes.com  Mugihe Kenya nayo yakinye umukenyuro usa nuwa Tanzanie wa 4-4-2  bifashije abakinyi nka: Telvin Hijkers, Lawrence Khayako, Arnold Onyango (C), Mathew Mwendwa, Nicolas Omondi, Daniel Ochieng, Isaih Abwel, Patrick Wanjohi, Micheal Obango, Maxiwell Lulipi (GK), na Lesley Owino. WWW.magaratimes.com  Mwomenyako Kenya n’igihugu ca Uganda nivyo bizokina urukino rwo kurwanira ikibanza ca gatatu kuruyu wa gatandatu itariki 28 ndamukiza uyu mwaka nyene.
#France #Brésil : Neymar yasubiye gutangura imyimenyerezo.
Umusatiri
w’umurwi wa Paris Saint Germain, Neymar Junior umunya Brésil yari yakomeretse
kw’ijisho ry’ikirenge mu ntango zo mukwezi kwa gatandatu muruno m’2019,
yasubiye gutangura imyimenyerezo icese, naho ikiringo yahawe cokumara indwi
zine adahonyoza ikirenge mukibuga kitararangira. Uyo musatirizi wa kera
w’umurwi wa FC Barcelone wo mugihugu ca Espagne yerekanye aka vidéo kumbuga
ngurukana bumenye ariko aragira imyimenyerezo aho
avuga ko ubu ameze neza. Mwomenya yuko Neymar bibandanya bivurwa ko ashobora kugaruka muri Barça ndetse na Paris Saint Germain ikaba imaze kumenyesha ko umurwi uwariwo wose wipfuza Neymar utegerezwa gutanga imiriyoni 300 zamanyaburaya kugira ngo umutange.
#Angleterre: Manchester United yasinyishije Aaron Wan-Bissaka.
Nkuko vyari vyitezwe iminsi itari mike, kuri uyu wa
gatandatu niho vyahavuye bija ahabona ko umurwi wa Manchester United usanzwe
ukina icicaro ca mbere mugihugu c’Ubwongereza (Premier League), wasinyishije
amasezerano yokuwukinira y’imyaka itanu, umukinyi wo kuruhande rw’iburyo, Aaron
Wan-Bissaka w’imyaka 21 yahora akinira umurwi wa Crystal Palace. Amafaranga Wan-Bissaka yaguzwe ntiyamenyeshejwe ariko ibinyamakuru vyo
mugihugu c’Ubwongereza bivuga ko Manchester United woba watanze imiriyoni 55
zamanyaburaya. Mwomenyako Aaron Wan-Bissaka asanzwe
afise amamuko y’ibihugu bibiri Ubwongereza na Congo RDC.
#Espagne #FCBarcelone : Neymar ngo yoba amaze kwemeranya nuwo murwi.
Kuri uyu wa kabiri, ikinyamakuru Sport cegamira umurwi wa FC Barcelone cazindutse kimenyesha ko uyo murwi umaze kwemeranya n’umunya Brésil akinira umurwi wa Paris Saint Germain Neymar w’imyaka 27. Muvyo Barça yemeranije nuwo mukinyi nkuko Sport kibandanya kibivuga nuko Neymar yemeye kugabanya umushahara asanzwe ahembwa muri Paris Saint Germain w’imiriyoni 30 zamanyaburaya ku mwaka ukaja ku miriyoni 24 zamanayaburaya ku mwaka hambavu yivyo ngo Neymar yoba yemeye guhebera umurwi wa FC Barcelone akarusho k’imiriyoni 30 zamanyaburaya batamuhaye mu mwaka 2017 igihe yafashe ingingo yo gutandukana nuwo murwi.  Naho ico kinyamakuru caramutse candika uko igisigaye kumenya nuko FC Barcelone izokwemera gutanga imiriyoni 300 zamanyaburaya zisabwa na Paris Saint Germain kugira ngo urekure Neymar canke Barça izohava itanga bamwe mubakinyi bayo ngo baje muri Paris Saint Germain.
#FCBarcelone #RealMadrid: Nuwuhe murwi hagati yiyo ibiri Samuel Eto’o yahanuye Salah kujamwo?
Mohamed Salah umunya Misiri aherutse kwinjiriza umurwi wiwe wa Liverpool ibitsindo 22 mw’ihiganwa ryo mu Bwongereza, Premier League ryo mu mwaka uheze, ngo  mugihe yoramuka avuye muriryo higanwa akaja  mugihugu ca Espagne hagati ya Real Madrid na FC Barcelone nuwuhe murwi yojamwo? Ico n’ikibazo BBC  yabajije Samuel Eto’o umunya Cameroun yaciye muriyo mirwi yompi, nawe yacishuye ata gukekeranya aho yagize ati:  « Barça niwo murwi ukwiranye nawe (Mohamed Salah). Real Madrid wampaye amahirwe yo kuva muri Afrika ariko ndamenya umukenyuro wa Barcelone kandi nibaza yuko ariwo murwi mwiza kuriwe mugihe yoronka amahirwe yogukinira mw’ihiganwa rya mbere kw’isi rya La Liga, nuko ategerezwa gusinya muri Barça. Afise vyose vyotuma aba umwe mubakinyi beza kw’isi mugihe vyoba  bitaraba uko ».
Real Madrid: Vinicius Jr ati: Nibaza yuko Mbappé azoza.
Sibinyegezwa ko umurwi wa Real Madrid ushimishwa n’umusatirizi wa Paris Saint Germain, Kylian Mbappé w’imyaka 20 yamavuko. S’umurwi wa Los Blancos gusa ushimiswa nuwo mufaransa,  n’umukinyi akiri muto wuyo murwi  Vinicius Jr w’imyaka 18 nawenyene nuko. Mukiganiro yahaye imboneshakure Téléfoot uyo musatirizi wa Real Madrid umunya Brésil Vinicius Jr ntiyahishije ko akunda Mbappé ndetse abonako mû munsi y’imbere uyo musore azokinira umurwi wa Real Madrid asanzwe akinamwo. Vinicius Jr yagize ati:  « Nibaza yuko abakunzi b’imirwi yose bipfuza Mbappé mu murwi yabo.  Ntituzinanye ariko turavugana kuri Instagram. Ndamukunda cane. Amaze gutahukana ubushimwe bwinshi.   Mugihe yoramuka aje ngaha vyoba vyiza kuko abantu bose baramukeneye ngaha (Real Madrid) ».
FC Barcelona: Neymar yarungikiye ubutumwa bugufi abakinyi buyo murwi.
Mugihe ibinyamakuru bitandukanye vyo mugihugu c’Ubufaransa, Espagne no muri Brésil bibandanya bivuga ko Neymar umukinyi wa Paris St Germian ashobora kugaruka mu murwi wa FC Barcelone, ikinyamakuru Sport co muri Espagne co kivuga ko uyo munya Brésil amaze kwerekana ishaka ryo kugaruka muri Barça. Ico kinyamakuru nyene kibandanya kivuga ko ikigaragaza ko Neymar yipfuza kugaruka muri FC Barcelone nuko amaze kurungikira ubutumwa bugufi bwa WhatsApp abakinyi ba FC Barcelone abasaba ko botekana agiye kugaruka muri uyo murwi.  Mwomenyako Paris St Germain umaze kumenyesha ko uwipfuza Neymar wese ategerezwa gutanga imiriyoni 300 za mafaranga yamanyaburaya.
#Burundi #Football : Abakinyi  basabwe kwereka Nigeria ko UBURUNDI bukeneye igikombe.
Abakinyi b’Intamba Murugamba basabwe kwereka Nigeria ko Uburundi bukeneye igikombe, ivyo bivurwa n’uwurongoye  ishirahamwe ry’umupira wamaguru mu Burundi, FFB abicishije kurubuga rwiwe rwa Facebook. Reveriyano Ndikuriyo avuga ko ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi arongoye ryategekanije agashirukabute  kangana na 150.000.000 igihe botsinda Nigeria.  Nayo baronse uburenganzira bwo gukina igice c’umunani gishira icanyuma  bazokongerwa ayandi nkayo. Muri make kurengana igice cambere agashimwe ni 300.000.000BIF. Ndikuriyo yarangije yipfuriza Intamba Murugamba Imana ibaje imbere. Mwokwibuka ko urukino rwa mbere rw’Intamba Murugamba zizohura n’umurwi nserukira gihugu wa Nigeria (Super Eagles) kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 22 ruheshi umwaka wa 2019, igihe c’isaha imwe y’ijoro (19h).
#Maroc: Izina rya Messi ryakoreshejwe mugushaka kujabukana ibiyovyabwenge.
Biroroshe ko izina ry’umuntu azwi, amaze kwamamara kw’isi rishobora gukoreshwa neza canke nabi biravana nuwugomba kurikoresha ico agamije. Igiporisi kijejwe ubutungane mu muji wa Nador muburaruko bushira ubuseruko bw’Igihugu ca Maroc carabubabuje mu ndwi iheze umugambi wo kujabukana ibiyovyabwenge.    Ico giporisi carafashe amatone icumi 12,8 y’ibiyovyabwenge vyo mubwoko bwa (haschich) mugice kinini cavyo vyari bitekejwe ibimwanya vyanditse ko izina rya Messi umunya Argentine kizigenza wa FC Barcelone kugira ngo bijabukanwe neza igiporisi kitabanje kubabazagiza vyinshi abagomvye kubijabukana ariko bibaviramwo gufatwa.
#Africa #Football: Urutonde rw’Ibihugu bitanu bifise abakinyi bakuze muri CAN.
Mugihe hasigaye imisi 4 gusa kugirango inkino zigikombe ca Africa, CAN, kirindiranywe nigishika cinshi cane, ico gikombe kikaba kizobera mugihugu ca Misiri. Uyu niwo mwanya wabakunda  gukora ibiharuro vyabo kubijanye n’imirwi izokwitabira ico gikombe. Uruganda rw’ikinyamakuru Top Sports Africa rwerekanye ibihugu bitanu bigiye kwitabira ico gikombe bifise abakinyi bakuze kurusha abandi. Uru nirwo rutonde rw’ibihugu 5 bifise abakinyi bakuze kurusha abandi:
#Burundi #Tunisie #Football : Urutonde rw’abakinyi baza gutanguzwa mukibuga kuruhande rw’Intamba Murugamba.
Murukino rwa kivandimwe rutegekanijwe kuri uyu wa mbere  hariya i Rades mugihugu ca Tunisie isaha 20h15 amasaha y’i Burundi hagati  y’umurwi nserukira gihugu w’Uburundi, Intamba Murugamba hamwe numurwi nserukira gihugu wa Tinisie (Les Aigles du Carthage). Uru nirwo rutonde rw’abakinyi baza gutanguzwa kuruhande rw’Intamba Murugamba:      1.Justin Ndikumana 2.Moussa Omar 3.Christophe Nduwarugira 4.Frédéric Nsabiyumva 5.Omar Ngando 6.Gaël Bigirimana 7.Elvis Kamsoba 8.Gaël Duhayindavyi 9.Fiston Abdoul-Razzak 10.Saido Berahino 11.Amissi Cédric. Twobibutsa yuko murukino rwa mbere mpuzamakungu rwa kivandimwe, Intamba Murugamba zaranganije n’Igihugu ca Algérie (1-1) mugihe Tunisie nawo watsinze Croatie (2-1).
#Burundi #Rwanda #Football: Rayon Sports yasinyishije Samuel Ndayizeye.
Umurwi wa Rayon Sports wo mugihugu c’Urwanda wasinyishije amasezerano yo kuwukinira umukinyi w’inyuma yahora mu umurwi wa Vital’O FC, Samuel Ndayize batazira « Sam ».  Amasezerano y’imyaka ibiri niyo umurwi Rayon Sports wasinyishije Samuel Ndayizeye, yakiniye umurwi wa Vital’O FC imyaka ibiri. Imbere yo gukinira umurwi wa Vital’O FC Samuel Ndayizeye yahora akinira umurwi wa Athletico Olympic. Akaba agiye kubaniriza ivyo gukina umupira wa maguru mu murwi usanzwe ufise abakunzi benshi mugihugu c’Urwanda ariwo Rayon Sports ukina icicaro ca mbere Azam Rwanda Premier League.
Samuel Ndayizeye aje kwiyongera kubandi barundi batari bake bamaze guca muri uwo murwi, mu kahise ka hafi twobibutsa nka: Pierrot Kwizera, Shassir Nahimana, Bimenyimana Bon Fils Caleb, ubu ukaba ukinamwo Umurundi umwe gusa Ulimwengu Jules.
Chelsea : Ikiguzi c’umumenyereza Frank Lampard cashinzwe.
Umurwi wa Chelsea uriko urarondera umumenyereza yozagusubirira Maurizio Sarri ari munzira yo kuja mu murwi wa Juventus. Chelsea umaze gutangaza amazina menshi y’abamenyereza harimwo ni ry’umukinyi wabo wa kera wo hagati, Frank Lampard muboje gufata ikibanza cuyo mu mu Tariyano. Ari munzira yokuwuvamwo akigira muri Juventus inyuma yo kuwufasha gutahukana igikombe ca Europa League. Ikinyamakuru Sky Sport kivuga ko kugira Chelsea ironke umumenyereza wubu wa Derby Country ariwe Frank Lampard utegerezwa gutanga ikiguzi c’imiriyoni 4,5M€ zamanyaburaya, kugira ngo Derby Country yemere kurekura uyo mugabo w’Umwongereza yawugejeje mu nkino z’amajonjora yo kuduga icicaro ca mbere (Premier League) nubwo bitakunze. Ico kinyamakuru nyene kivugako Chelsea itipfuza gutanga ayo mafaranga kiretse ko abarongoye The Blues berekanye ishaka ryuko bipfuza cane Lampard kuko bari bamaze no kuvuga izina ry’umumenyereza Ralf Rangnick kuri uyu wa gatandatu.
#Africa #Football: Urutonde rw’Ibihugu bifise abakinyi muri CAN bazimvye kw’isoko.
Ibihugu 24 bizokwitabira inkino z’igikombe c’Afrika, CAN gisigaje iminsi 5 gusa kugira ngo gitangure icese, kikazobera mugihugu ca Misiri. Hari ubushakashatsi bwakozwe n’urubuga Transfermark rwerekana ikiguzi c’abakinyi bagize Ibihugu bizokwitabira ico igikombe amafaranga bagurwa kw’isoko. Urwo rubuga rwa Transfermarkt rwerekanye uko Ibihugu bizokwitabira CAN bisumba sumbana agaciro kw’isoko kubijanye n’abakinyi 23 bagiye barahamagarwa n’Ibihugu vyabo kwitabira izo nkino. Uburundi kimwe murivyo bihugu bizokwitabira izo nkino, buri mukibanza 21, kugaciro k’imiriyoni 9,5 zamanyaburaya bisigurako ariyo mafaranga agura abakinyi 23 bose bari mu Ntamba Muguramba mugihe Sénégal ifata ikibanza ca mbere n’agaciro k’imiriyoni 343, 5 zamanyaburaya. Ehe uko ibihugu vyose 24 bizokwitabira CAN birushanya agaciro k’abakinyi kw’isoko:  1- Sénégal: 343,5 millions amafaranga yamanyaburaya
2- Côte d’Ivoire: 270,95 millions amafaranga yamanyaburaya
3- Égypte: 184 millions amafaranga yamanyaburaya
4- Ghana: 142, 70 millions amafaranga yamanyaburaya.
5- Algérie: 141,5 millions amafaranga yamanyaburaya.
6- Nigeria: 135,25 millions amafaranga yamanyaburaya.
7- Maroc: 129,6 millions amafaranga yamanyaburaya.
8- Cameroun : 111, 6 millions amafaranga yamanyaburaya.
9- Mali: 92,5 millions amafaranga yamanyaburaya.
10- RD Congo : 66,45 millions amafaranga yamanyaburaya.
11- Tunisie: 42,1 millions amafaranga yamanyaburaya.
12- Guinée: 36,7 millions amafaranga yamanyaburaya.
13- Afrique du Sud : 33,63 millions amafaranga yamanyaburaya.
14- Kenya: 27,93 millions amafaranga yamanyaburaya.
15- Zimbabwe: 21,05 millions amafaranga yamanyaburaya.
16- Angola: 18,15 millions amafaranga yamanyaburaya.
17- Benin: 17 millions amafaranga yamanyaburaya
18- Guinée-Bissau: 13,75 millions amafaranga yamanyaburaya.
19- Madagascar: 10,43 millions amafaranga yamanyaburaya.
20- Tanzanie: 10,1 millions amafaranga yamanyaburaya.
21- Burundi: 9,5 millions amafaranga yamanyaburaya.
22- Ouganda: 4,23 millions amafaranga yamanyaburaya.
23- Namibie: 3,5 millions amafaranga yamanyaburaya.
24- Mauritanie: 3,25 millions amafaranga yamanyaburaya.
#Burundi #Football: Abakinyi batatu bamaze kurekurwa icese na Aigle Noir ngo bimukire muyindi mirwi.
Umurwi wa Aigle Noir uzoserukira Uburundi mu nkino zimirwi yatahukanye igikombe iwabo yo mubihugu vyabo muri Afrika (CAF Champions League) wamenyesheje  ko umaze guha uburenganzi abakinyi batatu gusa bwo kwimukira muyindi mirwi nkuko vyamenyeshejwe n’umuvugizi  wuyo murwi, Fabrice Niragira. Abo bakinyi bahawe uburenganzira bwo kwimukira muyindi mirwi ni: Hakizimana Héritier, Séraphin Bigirimana baguzwe n’umurwi w’igiporisi c’Uburundi Rukinzo FC hamwe nuwahoze ari kizigenza wa Aigle Noir Souleymane Moustapha yaguzwe n’umurwi wa Young Africans wo mugihugu ca Tanzania.  Aigle Noir ikaba imenyesheje ivyo inyuma yaho hagaragariye amafoto yabakinyi bayo nka Mabano Shaban yariko arasinya amasezerano yogukinira umurwi wa Les Lierres FC hamwe na Cédric Titi Mavugo nawe yasinye amasezerano yo gukinira Rukinzo FC.
#Burundi #Football: Inter Star iragarutse muri Primus Ligue.
Umurwi wa Inter Star uhejeje kuronka uburenganzira bwo kuzokina icicaro ca mberemwihiganwa Primus Ligue Burundi. Ni nyuma yaho uganirije n’umurwi wa Delta Star (0-0) kuri uyu wa gatandatu rwabereye  kukibuga citiriwe umuganwa  murukino rw’amajonjora yokurondera ikibanza ca gatatu. Inter Star yari yaratsinze Delta Star (2-1) murukino rwa mbere.  Inter Star iciye ihamvya imirwi ya Top Junior wo mu ntara ya Kayanza hamwe na BS Dynamic wo mugisagara ca Bujumbura nayo nyene yari yamaze kuronka ubwo burengazira kuko yari yarabaye iya mbere mu matsinda yayo. Iyo mirwi uko ari itatu ije gusubirira, Flambeau De L’est, Athletico Olympic hamwe na Messager Bujumbura yakorotse icicaro.
Coupe du monde 2018 : Ububirigi bwasohoye urutonde rw’abakinyi 28 bimfata kibaza bazobuserukira.
Murutonde rw’abakinyi 28 rw’abakinyi  b’igihugu c’ububirigi rwasohowe uno musi itariki 21 Rusama n’umumenyereza Roberto Martinez umunya Espagne umukinyi Radja Nainggolan umukinyi wo hagati wa As Roma yo mu butariyano ntarimwo mugihe umugwi wiwe washitse mu gice ca 2 gishira icanyma muri UEFA Champions League. Roberto Martinez abajijwe n’abamenyesha makuru impamvu ata mutumyeko yishuye ko mumikenyuro yiwe  uyo mukinyi ntakibanza afise. Ivyaciye bituma mbere uyo mukinyi yandika kurubuga rwiwe rya Instagram ko ahagaritse ivyo gukinira igihugu ciwe ca Belgique canke Les diables rouges. Muri runo rutonde yasohoye dusangamwo abakinyi bavukana nka Eden Hazard na Thorgan Hazard, Jordan Lukaku na Romelu Lukaku urutonde rwuzuye narwo nururukurikira: Abanyegori: Thibaut Courtois, Simon Mignolet, Koen Casteels, Matz Sels. Imyugariro: Toby Alderweireld, Dedryck Boyata, Laurent Ciman, Christian Kabasele, Vincent Kompany, Jordan Lukaku, Thomas Meunier, Thomas Vermaelen, Jan Vertonghen. Abakinyi bohagati: Nacer Chadli, Kevin De Bruyne, Moussa Dembélé, Leander Dendoncker, Marouane Fellaini, Adnan Januzaj, Youri Tielemans, Axel Witsel. Abasatirizi: Michy Batshuayi, Christian Benteke, Yannick Carrasco, Eden Hazard, Thorgan Hazard, Romelu Lukaku, Dries Mertens. Bitegekanijwe ko urutonde ntabanduka rw’abakinyi 23 azorushira ahabona kw’igenekerezo rya 4 canke 6 Ruheshi uyu mwaka nyene.
BURUNDI-Footféminin: PVP Buyenzi yabandanije inyagira iyindi migwi, Fofila PF nayo ntishaka kurekura.
Ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’uburundi kuruhande rw’abigeme ryari rigeze mundwi yaryo y’icenda mu mpera zino ndwi aho biboneka ko umugwi wa PVP Buyenzi ubandanya werekana ko uno mwaka ushaka igikombe inyuma yo kunyagira ibitsindo vyinshi cane Christ Roi bayisanze iwabo i Gitega 9 vyose ku 0, PVP Buyenzi rero ikaba ikwijije inkino 9 zose itaratsindwa muruyu mwanka w’inkino ni mugihe Fofila PF yo mu ntara ya Ngozi nayo nyene idashaka kurekura kurico kibanza ca mbere nayo nyene ikaba inganya amanota na PVP Buyenzi 25 ariko ubudasa bukaba ari bw’ibitsindo gusa. Uku rero niko imigwi yatsindanye: 1.Lionne Star 3-0 Onze Étoile
2. Ubuntu FC 1-7 La Colombe FC
3. Fofila PF 4-1 Rain Bow
4. Christ Roi 0-9 PVP Buyenzi Uko imigwi irushanya bikaba ari uku gukurikira: 1. PVP Buyenzi: 25pts + 70 buts
2. Fofila PF : 25pts + 47 buts
3. La Colombe FC : 16pts + 24buts
4. Rain Bow : 13pts – 19buts
5. Lionne Star : 11pts – 12buts
6. Ubuntu FC : 9pts – 30buts
7. Christ Roi: 3pts – 37buts
8. Onze Étoile: 1pt – 44 buts Mwomenyako urukino ruzodadanura PVP Buyenzi na Fofila PF y’ingozi rutegekanijwe kuruyu w’imana itariki 27 Rusama 2018 hazoba ari mundwi y’icumi ry’ihiganwa ku kibuga c’abasirikare kuri Camp DCA kiri mu Kigobe hazoba ari kugihe c’isaha 11h00 zo mugitondo.
Burundi-Football: NSENGIYUMVA Global Development Cup iragarutse n’inguvu zidasanzwe.
Inyuma yo kumara  ikiringo kitari gito Foundation NSENGIYUMVA Global Development canke NGD mu mupfunyafunyo kidategura inkino kurwaruka ruri mu karuhuko uyu mwaka iryo shirahamwe ribicishije mugisata caryo kizwi nka NGD star Sports gisanzwe gitegura inkino, rigiye kugarukana inkomezi zidasanzwe mu gufasha urwaruka ruri mu karuhuko kugira ngo ruzokine inkino z’umupira wa maguru zizotuma banywana. NGD Cup akahise kayo nuko kera igitangura yari yugururiye imiryango gusa imigwi isanzwe iri muri Komine Bugarama intara ya Rumonge ariko akabirya kari muruyu mwaka nuko igarutse iri mu migwi isanzwe iri mw’ishure rya Star Football Academy nukuvugako imigwi isanze iri muriyo Academy niyo izokwitabira iryo higanwa yonyene hama umugwi uzoba uwambere uzoca uhabwa igikombe nayo ikaba ari imigwi ya bakiri bato aba (Cadets) za batarenza imyaka 17 bahurikiye mu migwi itandukanye isanzwe iri mu ntara ya Rumonge yegukira Star Football Academy ni mugihe imigwi Academy ya Kanyosha Star na Nyanza –Lac star Fc ntiyatumiwe uyu mwaka. Star Football Academy rero niyo yahawe amahirwe yo kwakira iryohiganwa rizobera muri zone Magara komine Bugarama intara ya Rumonge ni mu burengero bushira ubuseruko bw’igihugu c’Uburundi rizoba  mu buruhuko bwo muci riza imigwi 6 isanzwe iri muriyo Academy niyo izokwitabira iryo higanwa rizoba rigizwe n’itsinda rimwe gusa nayo iyo migwi ikaba ari: Gitaza Star, Rutunga Star, Magara Star, Rutumo Star, Minago Star na Kagongo Star buri mugwi ukazokina inkino 5 n’ukuvuga ko hazokinwa inkino 25. Bitegekanijwe ko ico gikorwa kizotwara iryo shirahamwe rya NGD imiriyoni zishika kuri zi tatu (3millions),  Iryo shirahamwe rikazorera abana bari hagati yamajana abiri (200). Iryo higanwa rikazofasha abamenyereza gutegura abakinyi bazokina Championnat National ya U-15 na U-17. Abarongoye imigwi basabwa gutangura gutegura imigwi yabo kuko bitegekanijwe ko NGD Cup izotangura mu kwezi kwa Mukakaro 2018. Umugwi uzoba uwambere nawo uzoca utwarwa gukina igice ca kabiri gishira icanyuma n’uwundi mugwi mwo muyindi Association ya Cadets kuko Star Football Academy isanzwe yemewe n’amategeko na Association yo mu ntara ya Bujumbura rural.
BURUNDI U-20 : Urutonde rw’abakinyi 11 bazagutangura mukibuga murukino rugiye kubahuza na Soudan.
Murukino rugiya kubahuza n’igihugu ca Soudan kuruyu w’imana nyene igihe c’isaha 21H30 mu masha ya hano iwacu rugiye kubera mu gisagara ca Khartoum Joslin BIPFUBUSA umumenyereza w’intamba mu rugamba yashimye gutanguza aba bakinyi bakurikira mu kibuga.  Mw’igori. RUKUNDO Onésime Abakinyi binyuma. Souleman Moustafa (C), NDORIYOBIJA Eric, BIGIRIMANA Ramadhan na NDAYE Chancel. Abakinyi bohagati. MURYANGO Shaban Mabano, Jospin NSHIMIRIMANA na MBIRIZI Eric. Abasatirizi. Pascal Ramadhan, Juma Mohammed na SHAKA Bienvenue. Ni mugihe ku ntebe ya basubirira abandi ari. NSHIMIRIMANA Hailé Shalom, HAKIZIMANA Hassan, Eric NDIZEYE, NDIKUMANA Magloire, KANAKIMANA Bienvenue, Eric KWIZERA na Cédrick Titi Mavugo. Abamenyereza. Joslin BIPFUBUSA umumenyereza mukuru Omar NTAKAGERO icegera ciwe Amidou HASSAN umumenyereza wa banyegori. Urukino murashobora kurukurikirana kuri Radio nkuru y’igihugu cacu RTNB aho yarungitse Théodore NTUNGA.
BURUNDI U-20: Réverien NDIKURIYO yatanze insiguro impamvu intamba mu rugamba U-20 batakiriwe uko vyari bitegekanijwe muri Sudan.
Intamba mu rugamba abatarenza imyaka 20 i Khartoum
Imyuma yaho hagaragariye amafoto yerekana umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba za batarenza imyaka 20 baryamye hasi ku kibuga c’indege i Kharthoum mu gihugu ca Sudan aho baribashitse mu masaha y’ijoro nka 02h hari kuruyu wa gatatu ivyo vyarateye agahinda abasanze bakunda uyo mugwi bivanye nuko gufatwa nabi ku ntamba aho bamaze amasaha 7 bari kukibuga c’indege baza gutorwa mu gatondo. Abatari bake batanguye guta umwikomo kugihugu ca Sudan co categerezwa kubakira neza nkuko nabo babikoze i Bujumbura abandi bavyagiriza Ishirahamwe ry’umupira wa maguru FFB kutamenya gutegurira neza intamba mu rugamba iyo zishikira ariko uwurongoye ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi, Réverien NDIKURIYO yahavuye atanga umuco kurivyo abicishije kuri Compte y’iwe ya Facebook aho yamenyesheje ko ikosa atari rya FFB canke ry’igihugu ca Sudan. BURUNDI U-20: Joslin BIPFUBUSA yahaye ubutumwa bwokwizeza itsinzi abarundi imbere yo gutana mu mitwe n’igihugu ca Sudan.  Réverien NDIKURIYO kuri Facebook yiwe yanditse ati: Twagomba kumenyesha Abarundi n’abakurikiranira hafi ivy’umupira w’amaguru mukarere no muri afrika ko kubona Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi umara amasaha hafi 7 ku kibuga c’indege i Karthoum ko atari ikosa rya Sudani canke rya FFB.
Fédération yatanze plan de vol yerekanako Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi uzoshika Karthoum kuja 18 Rusama mugitondo.
Ishirahamwe ryakoze amatike ryarahinduye plan de vol mugabo ntiryabimenyesha ishirahalwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi kugira naryo ribimenyeshe ishirahamwe rya muri Sudani.
Uwanditse amakuru yategerezwa gutangura kubaza FFB akamenya kuko vyagenze imbere up kwandika iyo nkuru.
Ishirahamwe ry ‘ umupira w’amaguru mu Burundi riboneyeho akanya ko gusaba imbabazi ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Sudani kurivyo vyashitse.
Eka nabahinduye plan de vol ntibabilenyeshe bamaze gusaba imbabazi.
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ryararungitse abariserukira muri urwo rugendo, Hon Claude (Président du Comité d’encadrement des Equipes Nationales) hamwe na Marc membre du Comité Exécutif (FFB), abo nibo barekuriwe kuvugana na Fédération y’Uburundi ikintu icarico cose.
Uwatangaje ayo makuru ntiyarabifitiye uruhusha kuko uko vyanditswe umengo Sudani niyo iri mumakosa.
HON. NDIKURIYO REVERIEN
PRÉSIDENT FFB Ivyo akaba yabishikire inyuma yo kwibonekeza kuri bamwe bagiza igihugu ca Sudan ko cakiriye ukutariko Intamba mu rugamba za batarenza imyaka 20 bazokina kuruyu w’imana n’igihugu ca Sudan aho murukino rwa mbere bari banganije 1-1 i Burundi.
BURUNDI U-20: Joslin BIPFUBUSA yahaye ubutumwa bwokwizeza itsinzi abarundi imbere yo gutana mu mitwe n’igihugu ca Sudan.
Ifoto ya Burundisport Joslin BIPFUBUSA Imbere yaho ataratana mu mitwe n’igihugu ca Sudan mu rukino rwo gusubiriza rutegekanijwe kuruyu w’imana i Kharthoum mu gisagara ca Sudan, Joslin BIPFUBUSA umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba za batarenza imyaka 20  yarungikiye ubutumwa bwo gukengurukira abarongoye ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi FFB, yongera arizeza itsinzi abarundi ariko akabasa kubasabira ku mana mushobora vyose kugira ngo nabo baheze bavyitwaremwo neza ku musi w’ejo bazotana mu mitwe na Sudan BIPFUBUSA abicishije muri site ya FFB yagize ati: « Kwizina rya staff technique ndongoye no kwizina ry’abakinyi dufashanyije kurongoro narimfashe akanya ko kubamenyesha ko umugwi wose wifashe neza. turashimiye umuco twahawe na nyakubahwa arongoye ishirahamwe ry’umupira wamaguru muburundi kukibazo cari cadushikiye tukanashimara kukungene yatubaye hafi akadufata mumugongo. twashaka kumenyesha abakunzi b’INTAMBA MURUGAMBA yuko twiteguriye neza urukino gwo kumusi wamungu ruzoduhuza numugwi wa Soudani turabasavye mutube inyuma mudushigikire nkuko mwama mubikora turakenye ibisabisho n’imihezagiro vyu murundi wese aharihose kw’isi kuko nurugamba gwatwese natwe turabemereye kunguvu z’uwuhoraho ko tuzokora ibishoboka vyose kugira ibendera ry’igihugu cacu gihire ca twibarutse kiduhora k’umutima gishinge icumu mumakungu gikomegwa amashi namakungu gihabwe impundu nabaco isamirane mumakungu. Turabashimiye tukagaruka nokwipfuriza aba ISLAM bo kw’isi yose Amafungo meza. » ivyo nivyo vyashikirijwe nuwo mu menyereza wa kera wa Messager Ngozi Joslin BIPFUBUSA Ashikirije ivyo imyuma yaho uwurongeye ishirahamwe ry’umupira wa maguru Réverien NDIKURIYO yasiguye impamvu batakiriwe neza mu gihugu ca Sudan.
BURUNDI U-20: Intamba mu rugamba zabatarenza imyaka 20 urutonde rw’abakinyi 18 bagiye kwerekeza muri Sudan bashizwe ahabona.
Inyuma yo kunganya kimwe ku kindi n’igihugu ca Sudan mu rukino rwa mbere rwo kurondera itike ya CAN 2019 za batarenza imyaka 20 zizobera mu gihugu ca Niger, Joslin BIPFUBUSA umumenyereza mukuru kuruyu wa kane yashize ahabona urutonde rw’abakinyi 18 agiye kw’ifashisha mu rukino rwo gusubiriza ruzobera mu gihugu ca Sudan. Nabo naba bakurikira: Abanyegori. RUKUNDO Onésime (GK Messager Ngozi) NDUWIMANA Hailé Shalom (GK Ngozi city) Abakinyi binyuma. SELEMAN Moustapha (Aigle noir) NDORIYOBIJA Eric (LLB-S4A) BIGIRIMANA Ramadhan (Aigle Noir)  NDAYE Chancel (LLB-S4A) NDIZEYE ERIC (Musongati Fc) HAKIZIMANA Héritier (Aigle Noir) Abakinyi bohagati MBIRIZI Eric (Buja City) MURYANGO Mabano (Aigle noir) KWIZERA Eric (Les Lierres) NSHIMIRIMANA Jospin (Delta star) Abasatirizi PASCAL Ramadhan (Olympic star) Juma MOHAMEDI (Musongati Fc) SHAKA Bienvenue (Aigle noir) KANAKIMANA Bienvenue (Aigle noir) MAVUGO Cédrick Titi (Aigle noir) NDIKUMANA Magloire (Olympic star) Abamenyereza Joslin BIPFUBUSA (Umumenyereza mukuru) Omar NTAKAGERO (Icegera c’umumenyereza) Amidou HASSAN (Umumenyereza wa banyegori) Urugendo rukaba rutegekanijwe kuruyu wa kane nyene ni mugihe urukino rwo gusubirizwa ruzokinwa kuruyu wa gatandatu, itariki 19 Rusama 2018
Primus Ligue Burundi: LLB-S4Africa ifise amahirwe menshi yo gutahukana igikombe gusumvya Messager Ngozi.
Lydia Ludic Sport 4Africa kuri Don Bosco mu Buterere Mugihe kuruyu wa kabiri, LLB yatsinze  umugwi wa Olympic star ibitsindo 4-1  murukino rw’ikirarane rwabereye ku kibuga urunani kiri muri komine Buganda mu ntara ya Cibitoki, ibitsindo  vyinjijwe na Olivier bibiri (2) NDIZEYE Thomson na Pascal NDIKUMANA nabonyene binjije kimwe kimwe hama igitsindo co kwiyoza amarira ca Olympic star cinjizwa na Slim Saidi. Gutsinda kwa Lydia Ludic sport 4Africa biciye bituma ifata ikibanza ca mbere cari gifiswe na Messager Ngozi aho yarimaze imisi itari mike murico kibanza, LLB iciye ikwiza amanota 66 n’ibitsindo 30 mugihe Messager Ngozi yaciye ija mu kibanza ca 2 n’amanota 66 n’ibitsindo 27. LLB-S4A iciye ironka amahirwe menshi yo kuzotahukana kino gikombe ca Primus Ligue gusuvya umugwi wa Messager Ngozi bariko bahiganirwa kino gikombe mugihe hasigaye inkino zibiri zibiri  ku migwi yose kugira ngo ihiganwa risozererwe. Aya namwe mu mahirwe umugwi wa Lydia Ludic Sport 4Africa bafise kugira ngo bashobore kwikurikiranya igikombe ca Primus Ligue. -LLB isigaje guhura na Messager Ngozi mundwi 29 hamwe na Delta star mundwi ya 30 ariyo yanyuma murizo nkino Llb igasabwa kuronka amanota 4 gusa kugira ngo ihambwe igikombe, isabwa kunganya na Messager Ngozi hamwe no gutsinda Delta star bizoba bihagije kuribo ngo batahukane igikombe. -LLB murizo nkino zibiri isabwa kandi gutsinda urukino rumwe gusa ariko rwa Messager Ngozi  nubwo yotakaza urwa Delta star bazoca bahabwa igikombe. -Messager Ngozi nayo isigaje kuzohura na LLB mu ndwi ya 29 hama Olympic star mundwi ya 30 ariyo yanyuma, nayonyene ishaka amanota 4 kugira ngo ironke igikombe ca Primus Ligue kugira ngo ivyo bibe isabwa kuzotsinda  LLB hama inganye na Olympic star. -Messager Ngozi izosabwa kuzotsinda LLB ibitsindo 2 canke birenga ariko bibe ku busa nubwo yotakaza urwa Olympic Star izoca ihabwa igikombe ca Primus Ligue kuko izoba irushije LLB ibitsindo yatsindiye muhira mugihe urukino rwambere LLB yakiriye Messager Ngozi bavanye 3 kuri 1 ca Messager Ngozi. Menyaneza ko Itegeko ry’ihiganwa rya Primus Ligue rivuga ko iyo imigwi inganya amanota ntibaraba ibitsindo baraba uko iyo migwi yahuye mu rukino rwa mbere n’urwo gusubiriza. Twokwibutsa ko mu rukino rwa mbere LLB yatsindiye 3-1 Messager Ngoz I Bujumbura ku kibuga Umuganwa Rudoviko Rwagasore.
Afrika/ Adel Amrouche yahoze amenyereza igihugu c’uburundi yahawe ayandi mabanga mashasha.
Igihe yaramaze amezi atari make ari mu bushomeri ata mugwi yarafise , Adel Amrouche umunya Algeria yahoze amenyereza umugwi nserukira gihugu w’uburundi yahawe amabanga mashasha yo kumenyereza umugwi nserukira gihugu wa Libye canke Les Chevaliers de la méditérannée mu kwitegurira inkino zo kurondera itike za CAN 2019. Ku myaka 50 yamavuko Amrouche afise asubiriye murico kibanza Omar Al-Maryami we yafashe uno mwanya wo kumenyereza Libye bimaze kumwankira kuja kumenyereza igihugu ca Egypte. Uyu mumenyereza wa kera w’umugwi nserukira gihugu wa Kenya Harambe stars Adel Amrouche yarakoranye n’umumenyereza wa hano iwacu Amars Akbar NIYONGABO yari icegera ciwe mu mugwi nserukira gihugu wa Kenya. Amrouche afise ubwene gihugu bu biri Algérie n’ububirigi akaba yaramenyereje umugwi wa USM Alger ikiringo gito cane 2016 yari yahawe ayo mabanga mu kwezi kwa Ruheshi asezererwa n’uwo mugwi muri Myandagaro. Amrouche igikorwa ciwe ca mbere afise muri Les Chevaliers de la méditéranée canke Libye nuko ategerezwa gusubira kwubaka ningiga na ningoga  uyo mugwi w’igihugu ca Libye kugira ngo azoronke abakinyi yifashisha murizo nkino zo kurondera itike za CAN 2019, ni mugihe igihugu ca Libye ata burenganzira gifise bwo kwakirira inkino murico gihugu cabo bivanye n’umwuka mubi wa poritike ico igihugu kiriko gicamwo. Mwomenyako igihugu ca Libye gifise akahise keza mu misi y’inyuma gato aho yatwaye igikombe ca CHAN 2014 irangiza mu kibanza ca 4 muri CHAN 2018.
#LigueB: Les Crocos Fc yo mu Rumonge na Espoir Fc yo mu Gatumba  ntituzosubira kuzibona mu cicaro ca 2.
Les Crocos Inyuma yo kunganya  1-1 n’umugwi wa Rumonge city basanzwe basangiye Intara ya Rumonge, ivyo ntivyari bihagije kuri Les Crocos FC canke Messager Rumonge, kuko umugwi wa Busoni star wo mu Kirundo wari mukibanza canyuma yatsinze umugwi wa Unité FC 1-0 bica bituma ikwiza amanota 15 mugihe Les Crocos FC yo kunganya na Rumonge city yaciye ikwiza amanota 14 ica irafata ikibanza ca nyuma mw’itsinda rya kabiri B. Mugihe mw’istinda rya mbere A umugwi wa Espoir Fc yo muri Zone Gatumba nayonyene wakorotse mu cicaro ca 3 inyuma yo gutsindwa na Muzinga FC ibitsindo 3-0, bica bituma ifata ikibanza ca nyuma muriryo tsinda. Transport Fc yo muri Bujumbura rural yo mwitsinda rya mbere A na Les Eléphants y’ibubanza yo mw’itsinda rya kabiri B niyo migwi izokina inkino za majonjora (Barrage) kugira ngo haboneke umugwi umwe uzoherekeza Rukinzo Fc na Kayanza united mu cicaro ca mbere Primus League Burundi. Imigwi yatsindanye uku gukurikira mundwi ya 14 n’iyanyuma muri Ligue B. Itsinda rya A: Transport Fc 5-0 Volontaires Fc
Muzinga Fc 3-0 Espoir Fc
Bumamuru 1-0 Burundi sport Dynamic
Rusizi Fc 2-1 Rukinzo Fc Itsinda rya B: Unité 0-1 Busoni star
Moso Sugar 0-1 Magara Fc
Kayanza 0-1 Les Éléphants Fc
Rumonge City 1-1 Crocos Fc Uko irushanya mw’istinda rya A. 1.Rukinzo Fc amanota 28 2.Transport Fc amanota 26 3.Bumamuru Standard Fc amanota 24 4.Muzinga Fc amanota 23 5.Bs Dynamik amanota 20 6.Volontaire Fc amanota 15 7.Rusizi Fc amanota 12 8.Espoir Fc amanota 8 Uko irushanya amanota mw’itsinda rya B. 1.Kayanza united amanota 26 2.Les Eléphants amanota 22 3.Rumonge city amanota 21 4.Moso sugar amanota 18 5.Magara star amanota 17 6.Unité fc amanota 16 7.Busoni star amanota 15 8.Les Crocos Fc amanota 14
Burundi-Football/ Amajambo yavugiwe mu kigo ca Brarudi igihe Jonathan NAHIMANA umunyegori wa Vital’o Fc yariko arahabwa agashimwe.
Kuva iburyo Slim Saidi, Diègue NIFASHA na Jonathan NAHIMANA Ibirori vyo guhabwa agashimwe  Jonathan NAHIMANA umunyegori wa Vital’o fc ko mukwezi kwa Ndamukiza nk’umukinyi yigenjeje neza gusumba abandi bose muri Primus League nkuko twabibamenyesheje, Ivyo birori vyaruguruwe icese nuwari yaserukiye ishirahamwe rya Brarudi, akurikirwa n’icegera c’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira wa maguru Aimable HABIMANA aho yashikirije ijambo yari yarungikanywe na FFB, hakurikira kandi Umuyobozi w’ikinyamakuru Burundisport, Diègue NIFASHA aho yashimiye cane Brarudi hamwe n’ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi ndetse yaribukije abatoye Jonathan abaribo n’ukuntu bamutoye n’amajwi yaronse. Inyuma yiwe Jonathan NAHIMANA yaciye ahabwa agashimwe kiwe kangana n’ibibumbi amajana abiri na mirongo itanu vya marundi (250.000fbu) biberamwo akaryo kabamenyesha makuru kumubaza ibibazo bitandukanye vyose ni muri kino kiganiro mwateguriwe nanje Ismail KWIZERA mukagishikirizwa na magaratimes ikaze mw’ido n’ido yivyavugiwe ngaho muri Brarudi kuriyi Audio.
Olympic Star yoba yaragize uruhara rwo Kudatumwako Slim Saidi mu ntamba murugamba  za batarenza imyaka 20?
Mugihe benshi babandanya bibaza impamvu umusatirizi akomeye cane wa Olympic star Slim Saidi adahamagarwa mu ntamba mu rugamba zabari musi y’imyaka 20, munsiguro zatanzwe n’umumenyereza w’intamba mu rugamba zabo batarenza imyaka 20 Joslin BIPFUBUSA nuko uyo musatirizi afise imyaka irenga n’iyisabwa n’amategeko yiryo higanwa nukuvugako ibimuranga vyerekana ko afise imyaka 21. Mbega Slim Saidi vy’ukuri yoba afise Imyaka ingahe? Mukiganiro yahaye abanditsi n’abamenyesha makuru kuruyu wa gatanu igihe yariko arahabwa agashimwe k’umukinyi yigenjeje neza gusumba abandi ko mukwezi kwa Nyakanga mu mwaka uheze 2017, agashimwe yahawe n’ishirahamwe rya Brarudi ribicishije mukinyobwa cabo Primus bafadikanije n’ikinyamakuru Burundisport, ico kibazo c’imyaka yiwe yaracishuye aho yagize ati “Jewe nka Slim Saidi mfise imyaka 19”  iyo n’inyishu yatanzwe n’uwo mukinyi wa kera wa Unité Fc Slim Saidi, abamenyesha makuru bongera baramubaza impamvu adatumwako mu ntamba mu rugamba mugihe we avuga ko afise imyaka 19 Saidi yishuranye agahinda aho yatunze agatoki komite y’umugwi wa Olympic star yagize ati “Kuba batampamagaye mu mugwi nserukira gihugu nibijanye na komite nyene ya Olympic star ivyo jewe sino vyinjiramwo cane” abamenyesha makuru basa nabatashoboye gusobanukirwa neza nivyo vyavuzwe na Slim Saidi barabaza insiguro nziza yivyo yavuze Slim arasubira agira ati “Barihenze imyaka kubera ko jewe imyaka nabahaye yari kuri karanga muntu yanje sivyo bagize muri passeport baca bigirira ivyabo ibitari kuri ndanka muntu yanje” Murico kiganiro nyene yahaye abanditsi n’abamenyesha makuru, Slim Saidi yamenyesheje ko umwe mu bakinyi bakunda bahano iwacu ari Saidi NTIBAZONKIZA benshi bazi kw’izina rya Saido.
Jonathan NAHIMANA ngo igikorwa co kurusha  SHAKA Bienvenue na  URASENGA Cedrick Danny Kagabo ntabwo arigikorwa coroshe.
Umunyegori wa Vital’o Fc Jonathan NAHIMANA Fc niwe yatsindiye agashimwe k’umukinyi yaranze ukwezi kwa Ndamukiza muri Primus League arushije abo vyahiganirwa akogashimwe,  SHAKA Bienvenue umusatirizi akomeye cane wa Aigle noir na URASENGA Cedrick Danny Kagabo wa Messager Ngozi, agashimwe yahawe kuruyu wa gatanu n’ikinyamakuru Burundisport ifadikanije n’ishirahamwe rihingura ibinyobwa mu Burundi (BRARUDI) risanzwe kandi rifasha n’ihiganwa rikuru ryo mu Burundi Primus League, hari munyubako ziryo shirahamwe nyene igihe c’isaha 16h zo ku mugoroba. Jonathan NAHIMANA mumajambo yiwe yahaye abanditsi n’abamenyesha makuru yamenyeshejeko guca imbere yabo bandi bakinyi ntivyari vyoroshe nagato akaba yagize ati « Igikorwa ntwabo cari coroshe nagato kuko urukino rwose nakina nagerageza gukina kugirango ntibatsinde igitsindo, ico naco nico gikorwa nyamukuru catumye uno musi ndonswa kano gashimwe.» Ivyo n’ibimwe muvyashikirijwe nuwo munyegori wakera wa Olympic star y’imuyinga  Jonathan NAHIMANA, kubijanye nuko yatwaye akagashimwe kubera ko afise uruhome rumukingira neza ngo ntasindwe igitsindo nakimwe aho Jonathan yamenyesheje ko bama basangira ibikorwa n’abandi bakinyi binyuma « Turafashanya ibikorwa n’abandi bakinyi kuko birashika Sam na Moussa ntibabe mu rukino ariko jewe nca mfata ivyo bibanza vyabo mugihe batarimwo kugira ntibatsinde igitsindo.» NAHIMANA yamenyesheje kandi ko guhabwa kano gashimwe kazotuma ibikorwa vyiwe bishika kure hashoboka kuko kagiye gutuma amenyekana gusumba, agashimira abamutoye bose hamwe n’ikinyamakuru BurundiSport n’ishirahamwe rya Brarudi. Hambavu yivyo Jonathan NAHIMANA yamenyesheje ko urukino rwamugoye cane ngo n’urukino rwahujije umugwi wiwe wa Vital’o Fc igihe watana mu mitwe na Olympic star aho yavuzeko yakuye imipira itari mike yatumbera mwizamu ryiwe. Jonathan NAHIMANA kugira ngo atorwe nuko yamaze inkino zigera kw’icenda adatsindwi  igitsindo nakimwe akaba yatahukanye amajwi menshi gusumba abandi inyuma yo gutorwa n’abamenyesha makuru b’inkino mu Burundi ku bice 50%, munyuma agatorwa n’abakunzi  b’inkino bashika 3656 batoye, Jonathan NAHIMANA bamutoye ku majwi 1260 babicishije mu butumwa bugufi (Sms) akaba yararushije SHAKA Bienvenue yatowe ku majwi 1199 hamwe na URASENGA Cedrick Danny Kagabo wa Messager Ngozi yafashe ikibanza ca 3 atowe ku majwi 1197. Agashimwe katahukanywe na Jonathan NAHIMANA kangana n’ibihumbi amajana biri n’amirongo itanu vya mafaranga ya marundi (250.000Fbu), Jonathan NAHIMANA ntabwo ari umbwambere ahawe agashimwe n’ikinyamakuru BurundiSport, abaye kandi umukinyi agira ga 3 wa Vital’o Fc ahawe aka gashimwe inyuma ya BULIMWENGU Jules 2017 na Gaël DUHAYINDAVYI 2017.
#Europe: Chelsea amahirwe ari kurushi kugira ngo izoronke uburenganzira bwo kuzokina UEFA Champions League mu mwaka uza.
Europe 1 Mugihe ihiganwa ryo mu gihugu c’ubwongereza Premier League risigaje indwi imwe gusa kugira ngo rirangire, bakina inkino 38 izo gutangura n’izogusubiriza. Umugwi wa Chelsea amahirwe ari kurushi kugira ngo izoronke uburenganzira mu mwaka uza wokuzokina UEFA Champions League bizoyisaba ko umugwi wa Liverpool utsindwa na Brighton & Hoven Albion murukino rwanyuma nayo izoba yakiriye i Anfield uyo mugwi, mugihe Chelsea isabwa gutsinda, izoba yagendeye Newcastle united kuri St James Park, Liverpool ifise amanota 72 n’ibitsindo 42 mugihe Chelsea yoyo ifise amanota 70 n’ibitsindo 27, izo nkino zanyuma zikaba zitegekanijwe kuruyu w’imana itariki 13 Rusama 2018 inkino zose zikazokinwa isaha icumi zuzuye neza 16h:00.  16h:00 I Turf Moor,  Burnley ? – ? AFC Bournemouth 16h:00 I Selhurst Park,  Crystal Palace ? – ? West Bromwich Albion 16h:00 I John Smith’s Stadium,  Huddersfield Town ? – ? Arsenal 16h:00 I Anfield, Liverpool ? – ? Brighton & Hove Albion 16h:00 I Old Trafford, Manchester United ? – ? Watford 16h:00 I St James Park, Newcastle United ? – ? Chelsea 16h:00 I St Marry’s stadium, Southampton ? – ? Manchester City 16h:00 I Liberty of Stadium, Swansea City ? – ? Stoke City 16h:00 I Wembley,  Tottenham Hotspur ? – ? Leicester City 16h:00 I London Stadium, West Ham United ? – ? Everton Umugwi nka Stoke city warumaze hafi imyaka 10 ukina muri Premier League kuva muri 2008 ugarukiye muriryo higanwa, Swansea city isanzwe ikinamwo Jordan Ayew umunya Ghana, yari imaze  hafi imyaka 7 kuva igarukiye muri Primier League hamwe na West Bromwich Albion niyo  migwi tutazosubira kubona  mu mwaka w’inkino wa 2018/2019  muriryo higanwa ryo mu bwongereza, English Premier League.
Burundi U-20 : Urutonde rw’abakinyi 25 bagomba kwitegurira igihugu ca Soudan bashizwe ahabona na Joslin BIPFUBUSA.
Mugihe hagisigaye imisi itarenga 3 gusa ngo Intamba mu rugamba za batarenza imyaka 20 bakire igihugu ca Sudan umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba yabari musi y’imyaka 20 afadikanije n’abandi bajejwe ubuhinga muruyo mugwi basohoye urutonde rwabakinyi 25 bagomba kwitegurira igihugu ca Sudan mu kurondera itike za CAN U-20 zizobera mu gihugu ca Niger muri 2019, abo bakinyi naba bakurikira: 1.RUKUNDO Onésime (MESSAGER NGOZI)
2.KITENGE Ally Tonton (BUJA CITY)
3.NDUWIMANA Hailé Shalom (NGOZI CITY)
4.SELEMAN Moustafa ( AIGLE NOIR SC)
5.MURYANGO Moussa (VITAL’O FC)
6.NDORIYOBIJA Eric (LLB S4A)
7.HAKIZIMANA Héritier (AIGLE NOIR SC)
8.NDIZEYE Eric (MUSONGATI FC)
9.BIGIRIMANA Ramadhan(AIGLE NOIR SC)
10.KAMANA Ismaïl (AIGLE NOIR SC)
11.NDAYE Chancel (LLB S4A)
12.IRADUKUNDA Parfait ( MUSONGATI FC)
13.MBIRIZI Éric(BUJA CITY)
14.MURYANGO Mabano (AIGLE NOIR SC)
15.EZA Armel (NGOZI CITY)
16.NSHIMIRIMANA Jospin (DELTA STAR)
17.NSENGIYUMVA Rahim (MESSAGER NGOZI)
18.DJUMA Muhamedi ( MUSONGATI FC )
19.KWIZERA Eric (LES LIERRES FC)
20.KANAKIMANA Bienvenue (AIGLE NOIR SC)
21.RAMADHAN Pascal ( OLYMPIC STAR)
22.SHAKA Bienvenue (AIGLE NOIR SC)
23.ULIMWENGU Jules (LLB S4A)
24.MAVUGO Cédric titi (AIGLE NOIR SC)
25.NDIKUMANA Magloire (OLYMPIC STAR) Ugerageje kuraba muri runo rutonde ufatiye no kuri rwa rutonde rwambere rwateguye urukino rwo gusubiriza igihe Intamba mu rugamba U-20 yatanye mu mitwe na Ethiopie,Uburundi bwatsinze 1-0 dusangamwo impinduka za bakinyi ba biri gusa barimwo ariko batagaragara muri runo rutonde ni nka, Ladislas MPISEMWONEZA (Messager Ngozi ) na IRAKOZE Saidi (Musongati Fc) basubirijwe na BULIMWENGU Jules (LLB) na Magloire NDIKUMANA (Olympic star) uru rutonde rukaba rwasohowe kuruyu wa gatatu itariki 09/Rusama/2018 mu nyubako z’icicaro gikuru c’umupira wa maguru mu Burundi (FFB). Inyuma yo gusezerera igihugu ca Ethiopie, Intamba mu rugamba za batarenza imyaka 20 bitegekanijwe ko zizotana mu mitwe n’igihugu ca Sudan kuruyu wa gatandatu itariki 12/Rusama/2018 ku kibuga Urukundo mu ntara ya Ngozi aho mbere kuruyu musi nyene baciye berekeza mu ntara ya Ngozi mu mwiherero, bashikiye kw’ihoteri yitwa Inarunyonga kugirango batangure imyimenyerezo nayo ikaba itegekanijwe ku musi w’ejo igihe c’isaha 15h ku kibuga Urukundo.
Intamba mû rugamba U-20 mû rutonde rw’abakinyi 25 bahamagawe dusangamwo izina ry’umukinyi akina mû bwongereza.
Urwo rutonde rw’abo bakinyi 25 bahamagawe vy’imfata kibanza ngo baze bitegurire igihugu ca Zambie U-20 mugice ca 3 co kurondera itike ya CAN -U20 izobera mû gihugu ca Niger muri 2019 urukino uburundi buzotangurira hanze y’igihugu cacu, urukino rutegekanijwe hagati ya kuno kwezi nyene turimwo. Iryo zina rishasha dusanga muri runo rutonde rwasohowe na Joslin BIPFUBUSA afadikanije n’igisata kijejwe ubuhinga muruyo murwi ni BRANDON Chebby asanzwe akinira umugwi wa EASTLIEGH FC canke Spitfires ukina muri Division 5 mu gihugu c’ubwongereza. Uwundi mukinyi yiyongeyemwo muri runo rutonde aje ava hanze y’igihugu cacu n’umukinyi wo hagati wa Asas Djibouti Télécom yo mugihugu ca Djibouti, NTIRWAZA Sudi yahoze akinira Musongati FC yi Gitega. Urwo rutonde rwabo bakinyi nabo naba bakurikira: 1.RUKUNDO Onesime(MESSAGER NGOZI)
2.KITENGE Ally Tonton (BUJA CITY)
3.NDUWIMANA Hailé Shalome (NGOZI CITY)
4.SELEMAN Moustafa( AIGLE NOIR SC)
5.MURYANGO Moussa (VITAL’O FC)
6.NDORIYOBIJA Eric (LLB S4a)
7.HAKIZIMANA Héritier (AIGLE NOIR SC)
8.NDIZEYE Eric (MUSONGATI FC)
9.BIGIRIMANA Ramadhan(AIGLE NOIR SC)
10.KAMANA Ismaïl (AIGLE NOIR SC)
11.NDAYE Chancel (LLB)
12.IRADUKUNDA Parfait ( MUSONGATI FC)
13.MBIRIZI Eric (BUJA CITY)
14.MURYANGO Mabano(AIGLE NOIR SC )
15.EZA Armel( NGOZI CITY)
16.NSHIMIRIMANA Jospin (DELTA STAR)
17.NTIRWAZA Sudi ( ASAS DJIBOUTI TELECOM)
18.DJUMA Muhamedi ( MUSONGATI FC )
19.KWIZERA Eric( LES LIERRES FC)
20.KANAKIMANA Bienvenue (AIGLE NOIR SC)
21.RAMADHAN Pascal ( OLYMPIC STAR)
22.SHAKA Bienvenue (AIGLE NOIR SC)
23.BRANDON Chebby (EASTLEIGH FC)
24.MAVUGO Cédric ( AIGLE NOIR SC)
25.NDIKUMANA Magloire (OLYMPIC STAR) Mwomenyakako imyimenyerezo itegekanijwe gutangura kw’igenekerezo rya 4 Ruheshi 2018 mû kigo kijejwe ubuhinga aho benshi bita kuri (CTN) mû Ngagara.
Musongati FC: Vivier BAHATI woba ari umwaka wiwe wanyuma muri Musongati Fc y’igitega?
Guhera iburyo  Team Manager wa Somalie, Vivier BAHATI na Ally NDIKUMANA Mugihe abamenyereza benshi iyo umwaka w’inkino urangiye baba bipfuzwa n’imigwi itandukanye canke amasezerano yabo niyo migwi baba bamenyereza aba yarangiye, bamwe bama bipfuza kungururiza ahandi canke kuguma mu migwi yabo iyo bahawe ayandi masezerano mashasha niyo migwi baba bamenyereza, ivyo biruko nyene k’umumenyereza wa Musongati Fc Vivier BAHATI aho amasezerano yiwe yo kumenyereza uyo mugwi arangirana nuyu mwaka nyene w’inkino. Ibibazo nivyinshi vyibazwa n’abakunzi buyo mugwi eka mbere n’abamenyesha makuru b’inkino mu Burundi kubijanye n’akazoza kuyo mu menyereza amasezerano yiwe arangiranye nuno mwaka muruyo mugwi wa Musongati, ni mugihe ibihuha ari vyinshi cane bimujana mu mugwi wa Aigle Noir The Fighters. Mbe Vivier BAHATI wewe abivuga kwiki ivyo vyose bimuvurwako?Twaregereye umumemenyereza Vivier BAHATI turamubaza kubijanye nivyo vyose bimugwako, aho yagiye yishura kubibazo bitandukanye, ikibazo ca mbere twamubajije, mbe mu  mwaka uza uzobandanya umenyereza Musongati Fc y’igitega? Vivier BAHATI yishura uku:  “Kuguma mu mugwi biraryoshe ariko bizovana n’abarongoye umugwi ivyo bipfuza kuko barashobora kw’ipfuza ko bahindura ariko kuri jewe bikunze ko nguma mu mugwi vyoryohera ariko abarongoye umugwi bashimye ko bahindura ntakibazo” iyo niyo nyishu yatanzwe nuwo mumenyereza yahoze amenyereza kera umugwi wa Aigle noir. Kukibazo cuko ashobora kuzoja kumenyereza umugwi wa Aigle noir mu mwaka uza we yishuye uku: “Kurivyo ntantakimwe mfise mumutwe ntantakimwe nzi nkuko ubivuze ko ari ibihuha ntaco nzi nanje murivyo” nubwo Vivier Bahati ahakana ayo makuru ko atanakimwe azi ariko bamwe mu bantu biwe bohafi ndetse na bamwe mu mubagize staff y’umugwi wa Aigle noir baremeza aya makuru ko hariho umugambi wo kuzana uyo mu menyereza muruyo mugwi. Akabazo twibaza mbe Joslin BIPFUBUSA asanzwe amenyereza uno mugwi  wa Aigle Noir The Fighters we akazoza kiwe nakahe mugihe umugwi asanzwe amenyereza uriko urarondera uwundi mu menyereza? Ni mu makuru yacu yo hanyuma.
Olympic Star : Siméon BARAYANDEMA amaze gusaba abarongoye intara ya Muyinga kwiyumvira mu kurondera uwoza kumusubirira mu buyobozi bw’uwo mugwi.
Siméon BARAYANDEMA arongoye umugwi wa Olympic Star wo mu ntara ya Muyinga yandikiye ikete buramatari wiyo ntara amusaba kwiyumvira uwoza kumusubirira mu mabanga yo kurongora uyo mugwi bivanye nuko atakirangurira ibikorwa vyiwe vya misi yose muriyo ntara ya Muyinga. Mu majambo dusanga muriryo kete yandikiye buramatari w’intara ya Muyinga, ya menyesheje ko mu mpera zuno mwaka w’inkino azohagarika amabanga yiwe yahawe yo kurongora uyo mugwi, Avugako aravye urugero rwiza umugwi ugezeko kuruno musi, aravye ikiganiro yagiranye n’umuhanuzi wa buramatari ajejwe ubutunzi hamwe n’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu ntara ya Muyinga, aravye kandi umwimbu mwiza Olympic star igezeko ahanini muriyo myaka ibiri y’inyuma n’ukungene bitangiye umugwi kugira ngo ubandanye utera iteka intara ya Muyinga. Ati rero kurivyo vyose yatanguje ngaho hejuru nuko ashaka kumenyesha ko  mu mpera z’uno mwaka w’inkino aho urangirana n’igikombe c’umukuru w’igihugu Olympic star ikirimwo azoca ahagarika amabanga yiwe yo kurongora uyo mugwi. Aho yaciye asaba abarongoye intara ya muyinga gutangura kwiyumvira uwoza ku musubiriza. BARAYANDEMA muriryo kete yandikiye buramatari yamenyesheje kandi ko atazoba ari kure yuwo mugwi ku ntererano yose izokenerwa ngo afashe mugihe uwo musubirira yobona ko bikwiriye ko amufasha. Siméon BARAYANDEMA mukiringo c’imyaka 2 yarongye uno mugwi  yarawufashije gutahukana igikombe citiriwe umukuru w’igihugu aho wari umaze imyaka 20 udatwara igikombe na kimwe ndetse awufasha no gutahukana igikombe c’imigwi yatwaye ibikombe mu Burundi ico twita Super Cup batsinze LLBS4A.  Mwomenya kandi ko Olympic star ikiri mu mahiganwa y’igikombe citiririwe umukuru w’igihugu aho ugeze mu gice ca 2 gishira icanyuma ukzotana mu mitwe n’umugwi wa Delta Star. Siméon Barayandema akaba amaze ku menyesha ko atazobandanya n’amabanga yiwe yo kuyobora uyo mugwi amabanga azoherana n’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu gisanzwe gifiswe nuwo mugwi nyene. Akabazo benshi bibaza ninde agiye ku musubirira? Ni mu makuru yacu yo hanyuma.
Coupe du Monde 2018. Ikiranga misi c’inkino z’igikombe c’isi yose uko zitunganije n’amasaha zizoberako.
Mugihe igikombe c’isi kigira 21  cimirije gutangura kw’igenekerezo rya 14 Ruheshi mu gihuguc’uburusiya aho ibihugu 32 nivyo bizokwitabira izo nkino navyo bikaba bigabuye mu matsinda 8 buri itsinda  rigizwe n’ibihugu 4 ayo matsinda nayo naya akurikira: Itsinda A : Russie, Uruguay, Egypte, Arabie Saoudite Itsinda B : Portugal, Espagne, Iran, Maroc Itsinda C : France, Pérou, Danemark, Australie Itsinda D : Argentine, Croatie, Islande, Nigeria Itsinda E : Brésil, Suisse, Costa Rica, Serbie Itsinda F : Allemagne, Mexique, Suède, Corée du Sud Itsinda G : Belgique, Angleterre, Tunisie, Panama Itsinda H : Pologne, Colombie, Sénégal, Japon Ikiranga misi kikaba gitegekanijwe uku gukurikira : Itariki 14 Ruheshi 2018. 17.00 Russie 🇷🇺 -Arabie Saoudite 🇸 Itariki 15 Ruheshi 2018
14.00 Egypte 🇪🇬-Uruguay 🇺
17.00 Maroc  -Iran 🇮🇷
20.00 Portugal 🇵🇹 -Espagne 🇪🇸 Itariki 16 Ruheshi 2018 12.00 FRANCE 🇫🇷 -Australie 🇺
15.00 Argentine  -Islande 🇮🇸
18.00 Pérou 🇵🇪 -Danemark 🇩🇰
21.00 Croatie  -Nigéria 🇳🇬 Itariki 17 Ruheshi 2018 14.00 Costa Rica 🇨🇷 -Serbie 🇷🇸
17.00 Allemagne 🇩🇪 -Mexique
20.00 Brésil 🇧🇷 -Suisse 🇨 Itariki 18 Ruheshi 2018 14.00 Suède 🇸🇪 -Corée du Sud 🇰🇷
17.00 Belgique 🇧🇪 -Panama 🇵
20.00 Tunisie 🇹🇳 -Angleterre Itariki 19 Ruheshi 2018
14.00 Colombie 🇨 -Japon 🇯🇵
17.00 Pologne 🇵 -Sénégal 🇸🇳
20.00 Russie 🇷🇺 -Égypte 🇪🇬 Itariki 20 Ruheshi 2018
14.00 Portugal 🇵🇹 -Maroc
17.00 Uruguay  -Arabie Saoudite 🇸
20.00 Iran 🇮🇷 -Espagne 🇪🇸 Itariki 21 Ruheshi 2018 14.00 Danemark 🇩🇰 – Australie
17.00 FRANCE 🇫🇷 -Pérou 🇵🇪
20.00 Argentine  -Croatie Itariki 22 Ruheshi 2018 14.00 Brésil 🇧🇷 – Costa Rica 🇨🇷
17.00 Nigeria 🇳🇬 -Islande 🇮🇸
20.00 Serbie 🇷🇸 -Suisse 🇨 Itariki  23 Ruheshi 2018 14.00 Belgique 🇧🇪 – Tunisie 🇹🇳
17.00 Corée du Sud 🇰🇷 – Mexique
20.00 Allemagne 🇩🇪 -Suède 🇸🇪 Itariki 24 Ruheshi 2018 14.00 Angleterre  -Panama 🇵
17.00 Japon 🇯🇵 – Sénégal 🇸🇳
20.00 Pologne 🇵 -Colombie 🇨 Itariki 25 Ruheshi 2018 16.00 Arabie Saoudite 🇸 – Égypte 🇪🇬
16.00 Uruguay 🇺 -Russie 🇷🇺
20.00 Espagne 🇪🇸 -Maroc
20.00 Iran 🇮🇷 -Portugal 🇵🇹 Itariki 26 Ruheshi 2018 16.00 Danemark 🇩🇰 -FRANCE 🇫🇷
16.00 Australie 🇺 -Pérou 🇵🇪
20.00 Islande 🇮🇸 -Croatie
20.00 Nigeria 🇳🇬 -Argentine Itariki 27 Ruheshi 2018 16.00 Mexique  -Suède 🇸🇪
16.00 Corée du Sud 🇰🇷 -Allemagne 🇩🇪 20.00 Serbie 🇷🇸 -Brésil 🇧🇷
20.00 Suisse 🇨 -Costa Rica 🇨🇷 Itariki 28 Ruheshi 2018 16.00 Sénégal 🇸🇳 -Colombie 🇨
16.00 Japon 🇯🇵 -Pologne 🇵
20.00 Angleterre  -Belgique 🇧🇪
20.00 Panama 🇵 -Tunisie 🇹🇳
Coupe du monde 2018: Ibisagara 11 biri mu gihugu c’uburusiya hamwe n’ibibuga 13 nivyo bizokwakira inkino z’igikombe c’isi yose.
Mugihe hasigaye imisi mike gusa kugira ngo igikombe c’isi yose gitangure, inkino zikaba zitegekanijwe gutangura icese itariki 14 Ruheshi,izo nkino zose zikazobera mu gihugu c’uburusiya mu bisagara 11 bitandukanye hamwe n’ibibuga 13 nivyo bizokwakira ico gikombe kigira 21 mu mateka yaco muri bino bisagara bizokwakira izo nkino dusangamwo igisagara ca Moscou kiza kwisonga gifise ibibuga 3 bizokwakira izo nkino kimwe murivyo bibuga 3 kizokwakira urukino rwo gutangura ndetse n’urukino rwo kwugara izonkino, urukino rwa finale ico kibuga citwa Loujniki. Muri rusangi ibi ni bimwe mu bisagara hamwe n’ibibuga biri murivyo bisagara bizokwakira igikombe c’isi yose ca 2018 mu gihugu c’uburusiya:      1. Igisagara ca Moscou, hari ibibuga bitatu bi zokwakira izo nkino z’igikombe c’isi yose  Ikibuga Loujniki, nikino kibuga nyene kizokwugurura izonkino kandi kikazokwakira n’urukino rwanyuma rwa finale murizo nkino, Ikibuga  Dinamo
(VTB Arena) naco nyene kiri murico gisagara hamwe n’ikibuga Otkritie Arena
(Spartak) vyose bibarizwa i Moscou.      2. Igisagara caSaint-Pétersbourg gifise Ikibuga citwa Zénit Arena      3. Igisagara ca Kaliningrad gifise ikibuga citwa Kaliningrad Arena      4. Igisagara ca  Nijni Novgorod gifise  ikibuga citwa  Nijni Novgorod      5. Igisagara ca  Kazan, gifise ikibuga citwa Kazan Arena      6. Igisagara ca Samara, gifise ikibuga citwa Samara Arena       7. Igisagara ca Saransk, gifise ikibuga citwa Mordovia Arena      8. Igisagara ca  Volgograd, gifise ikibuga citwa Volgograd Arena      9. Igisagara ca Sotchi, gifise ikibuga citwa Ficht     10. Igisagara ca Ekaterinbourg, gifise ikibuga citwa, Ekaterinburg Arena    11. Igisagara ca Rostov-sur-le-Don, gifise ikibuga citwa Rostov Arena Ibihugu 32 nivyo bizoba biri murivyo bisagara kwitabira izo nkino z’igikombe c’isi bizoba bihurikiye mu matsinda 8 buri itsinda rigizwe n’ibihugu 4 Itsinda A : Russie, Uruguay, Egypte, Arabie Saoudite Itsinda B : Portugal, Espagne, Iran, Maroc Itsinda C : France, Pérou, Danemark, Australie Itsinda D : Argentine, Croatie, Islande, Nigeria Itsinda E : Brésil, Suisse, Costa Rica, Serbie Itsinda F : Allemagne, Mexique, Suède, Corée du Sud Itsinda G : Belgique, Angleterre, Tunisie, Panama Itsinda H : Pologne, Colombie, Sénégal, Japon Mwomenyako urukino rwo kwugurura izo nkino ruzohuza igihugu ca kiriye ayo mahigwana, igihugu c’uburusiya kikazotana mu mitwa na Arabie Saoudite urukino rukazoba itariki 14 Ruheshi 2018 igihe c’isaha 17h00.
Magara Star Football Club yoba itakigiye gusubira kuboneka mu cicaro ca kabiri?
Umugwi wa Magara star Fc ku kibuga co muri Camp Rukinga mu Rumonge Umugwi wa Magara Star wo muri zone Magara komine Bugarama mu ntara ya Rumonge usanzwe ukina mu cicaro ca kabiri mw’ihiganwa rya Ligue B ryo mu Burundi woba utakigiye gusubira kuboneka mu mahiganwa yo mucicaro ca kabiri bivanye n’ibibazo bitandukanye bihanze uyo mugwi. Bivanye nuko uwo mugwi ubu utacakirira inkino ku kibuga cawo ca Zone Magara kubera FFB yacanse kumvo zijanye nuko cabonetse ko kidakwije ibisabwa n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, FFB, uwo mugwi rero ukaba umaze imyaka ibiri ukinira ku bibuga bitari ivyawo. Muri rino higanwa riheze, uwo mugwi warusanzwe ugirira imyimenyerezo ku kibuga ca ETS Kamenge mu Gisagara ca Bujumbura, hanyuma ugaca uduga kwakirira inkino zo muhira mu Gisagara ca Rumonge. Mwomenya ko Magara iri hagati y’ibisagara vya Rumonge na Bujumbura kandi aho hose uburyo bwaca bwiyongera kugira umugwi ushobora gutunga abakinyi bari mu Nkambi y’umugwi yari muri Zone Kinama mu Gisagara ca Bujumbura. Uyu mugwi wa Magara Star uhejeje ihiganwa uri muma deni amafaranga kuba President b’abakinyi bakoresheje mu gutegura inkino zo mu cicaro ca kabiri aho uyo mugwi warangije ihiganwa uri mu kibanza ca 6 naho bitari vyaworoheye kubera ibibazo bitandukanye. Umugwi wari witeze kuriha ayo madeni mumahera y’igice ca kabiri angana na 2.500.000 BIF yari yitezwe nkinfashanyo iva muri FFB ariko gushika n’aya masaha ayo mahera akaba ataraboneka kumva atamugwi numwe wo muri 2eme Division wigeze umenya. Uwo mugwi rero, wihweje ibibazo urimwo ry’ubuhinga nivy’ubutunzi, ubu wahisemwo kugurisha ikibanza cawo co mu cicaro ca kabiri kugira ubanze witegure neza muri Academy yawo na rirya abakinyi benshi uwo mugwi wakoresha bari abo ukota muyindi migwi. Ivyo vyose bigatuma umugwi utorohegwa na gato mu gihe ukinira mu gahinga, ukaba mu gahinga, ukongera ugakoresha uburyo bwinshi mu gutunga abakinyi uba wimuye kubera udashobora gukinira muhira. « Ubu tugiye gushira inguvu nyinshi mw’ishure ryacu ry’umupira w’amaguru, ari nayo « Star Football Academy » risanzwe rihurikiyemwo imigwi 8 iri mu ntara 3 z’igihugu c’Uburundi, kugira dutegure neza kugaruka mumahiganwa ya Primus Ligue dufise imikangara yacu twirereye« , ivyo bikaba vyavuze na John-Clinton Nsengiyumva asanzwe ariwe ayoboye umugwi Magara Star FC na Fondation Nsengiyumva Global Development, ari nayo igaba « Star Football Academy ». Uwurongoye umugwi wa Magara Star yabandanije amenyesha ko inguvu zabo ahanini zigiye gushirwa muriryo shure ry’umupira rya Star Football Academy aho mu mwaka uza imigwi ihurikiye muriryo shure izokina inkino za bakiri bato (Cadet) ndetse nizo mu cicaro ca 3 ico dukunze kwita (Championnat Local) kandi ko bafise intumbero yo kuzokwubakira ikibuga iryo shure haba ku Magara canke mu Rutumo mugihe ubutunzi buzoba bwifashe neza muriryo shuri. Ikibanza c’umugwi wa Magara Star ubu tuvugana kiri mw’isoko, kiriko kiragurishwa, ariko NSENGIYUMVA amenyesha kandi ko mugihe ico kibanza kitoronka umugwi wo kigura ngo bazoca bacegurira uwundi mugwi usanzwe uhurikiye muri Star Football Academy usanzwe uri muri Komine Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba narirya ngo bose ni bamwe. Uwo mugwi wundi ukaba witwa Nyanza-Lac Star Football Club. Uwurongoye umugwi wa Magara Star yamenyesheje kandi ko atanzitizi zizotuma bima uruhusha bwo kuja kuronderera ahandi abakinyi bari basanzwe bari muri Magara Star yabakuze ariko bizokorwe  muburyo bwemewe n’amategeko. yibukije kandi ko Abakinyi bose bari bafise Licences z’Abawigeze FC, Nyanza Lac United FC na Magara star FC ko bose babandanya begukira umugwi wa Magara Star Football Club. John-Clinton NSENGIYUMVA yarangije ashimira abakunzi b’umugwi wa Magara Star ukungene bawushigikiye mu cicaro cambere no mu cicaro ca kabiri akabasaba kubandanya bashigikira abana bakiri bato bari muri Magara Star FC yaba Cadets co kimwe nimigwi yingi ihurikiye muri Star Football Academy, nayo ikaba ari Kanyosha Star FC, Gitaza Star FC, Rutunga Star FC, Magara Star FC, Rutumo Star FC, Minago Star FC, hamwe n’imigwi mishasha y’iryo shure nyene ari nayo: Kagongo Star FC na Nyanza-Lac Star FC.
Basket-ball ACBAB: Uku niko imigwi yatsindanye mundwi  ya nyuma irangiza igice ca mbere c’ihiganwa.
Igice ca mbere c’ihiganwa rya Basket-Ball mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaboko ry’ibujumbura ACBAB carangiye mu mpera zino ndwi aho umugwi w’urunani warangije inkino indwi utsinzwe urukino rumwe gusa mugihe kuruhande rw’abigeme, Les Gazelles yarangije igice ca mbere c’ihiganwa itsinze umukeba wayo Berco  stars. Kuruhande rw’abahungu mu cicaro ca mbere Urunani 77 – 57 Les hipppos
Muzinga 61 – 68 Dynamo
Kern 96 – 76 Mutanga United.
Gymkana 85 -87 New Star Kuruhande rw’abahungu mu cicaro ca kabiri. Mutanga United. 61 -64 Les Amis Gymkana 32 -51 Tuze
Dynamo 47 -53 Gasenyi
Urunani 41 -56  Tuze New Star 60 – 57 Gymkana
Ambassadors 44 – 38 Ishaka Kuruhande rw’abigeme mu cicaro ca mbere Rumuri 44 – 74 Aigle Noir
Les Gazelles 77 – 53 Berco Star. Mwomenyako mu cicro ca kabiri ku ruhande rw’abigeme hariho imigwi itarenga ibiri gusa, Berco Stars na Les Gazelles nayo ikaba imaze kurungiza igice ca mbere c’ihiganwa. Abakinyi bigenjeje neza gusumba abandi baranze ino ndwi yanyuma irangiza igice ca mbere c’ihiganwa ry’umupira w’amaboko Basket-ball nabo naba bakurikira: Mu cicaro ca mbere kubahungu  umukinyi NISENGWE Belard batazira  (LeBron) wa KERN niwe yigenjeje neza gusumba abandi murino  mugihe kuruhande rw’abigeme ari umukinyi NIYONKURU Elsa  wa (Les Gazelles).
Burundi Foot-féminin Ligue A: Fofila-PF yasigiye amarira na gahinda umugwi wa PVP Buyenzi.
Mundwi 10 y’ihiganwa ryo mucicaro ca mbere kuruhande rw’abigeme ryabandanije kuruyu w’imana ku bibuga bitandukanye ariko urukino abenshi bari bahanze amaso n’urukino rwahujije umugwi wa Fofila Pf na PVP Buyenzi kuri CTN mu ngagara aho rwarangiye kutsinzi y’umugwi wa Fofila PF y’ibitsindo 3 kuri 2 vya PVP Buyenzi ivyo biciye bituma Fofila PF isiga kubudasa bw’amanota 3 umugwi wa PVP Buyenzi mu kibanza ca mbere n’amanota 28 mugihe PVP Buyenzi Ifise amanota 25 ivyo rero bikaba vyababaje cane abo bigeme bo mu Buyenzi aho urukino rwarangiye kizigenza wabo ASHA DJafar asanzwe ari na kizigenza w’intamba mu rugamba za bigeme arira cane ndetse n’abandi bakinyi basanzwe bari muruyo mugwi basohowe mukibuga baterurwa bivanye nuko batakaje urwo rukino aho bo kuruhande rwabo bari barufashe nka finale.  PVP Buyenzi 2-3 Fofila-PF Lionne star 0-3 La Colombe  Onze Etoiles 0-2 Christ Roi  Ubuntu Fc 1-0 Rainbow Imigwi nayo ikaba irutana uku gukurikira:  1. Fofila PF : 28pts + 48 buts 2. PVP Buyenzi: 25pts + 69 buts 3. La Colombe FC : 19pts + 27buts
4. Rain Bow : 13pts – 18buts 5. Ubuntu FC : 12pts – 29buts
6. Lionne Star : 11pts – 15buts
7. Christ Roi: 6pts – 35 buts
8. Onze Étoile: 1pt – 46 buts
Primus Ligue 2017-2018 irarangiye hatsinzwe ibitsindo 25 mundwi yaryo yanyuma.
Kuruyu w’imana itariki 27 Rusama 2018 niho hasozerewe ihiganwa rya Primus Ligue ry’umwaka 2017-2018 mu ndwi yaryo ya nyuma igira 30, ibitsindo 25 nivyo vyinjijwe murino ndwi ya nyuma murivyo bitsindo 7 bikaba vyinjijwe na LLBS4A, Les Lierres nayo ikaza mu kibanza ca kabiri mu migwi yagize uruhara murino ndwi yanyuma kugira ngo haboneke ivyo bitsindo 25 ikaba yarinjije ibitsindo 3. Muri rusangi uku niko imigwi yatsindanye murino ndwi yanyuma isozera Primus Ligue Burundi Messager Ngozi itahukanye igikombe ca Primus Ligue 2017/2018 irushije LLBS4A inota rimwe gusa.  Kuruyu w’imana 27 Rusama 2018. Athletico Olympic 1-2 Musongati Fc Flambeau de l’est 2-1 Aigle Noir. Kuruyu wa gatandatu 26 Rusama 2018. Les Jeunes Athéletics 1-2 Flambeau du Centre
Bujumbura city 1-0 Ngozi City
Olympic star 2-2 Messager Ngozi
Delta star 0-7 LLB S4A
Inter star 0-1 Vital’o Fc
Messager Bujumbura 0-3 Les Lierres Tubibutse ko ihiganwa ryarangiye Messager Ngozi itahukanye igikombe ku manota 70 isumbije LLBS4A inota rimwe gusa, mugihe imigwi ya Inter star, Les Jeunes Athletics na Delta Star yakorokeye mu cicaro ca kabiri.
Messager Ngozi itahukanye igikombe ca Primus Ligue 2017/2018 irushije LLBS4A inota rimwe gusa.
Abakinyi co kimwe na bakunzi ba Messager Ngozi baterura Umumenyereza Jean Jacques Eydélie Inyuma yo kunganya i Muyinga ku kibuga Umuco 2-2 n’umugwi wa Olympic star biciye bituma, Messager Ngozi itahukana igikombe ca Primus Ligue isumbije LLB inota rimwe gusa, ikaba irangije ifise amanota 70 n’ibitsindo 28, LLB ikaza mu kibanza ca kabiri n’amanota 69 n’ibitsindo 36. Messager Ngozi itwaye igikombe cabo ca mbere ca Primus Ligue ivyo navyo bikaba biyifashe imyaka 7 kuva ugitangura gukina icicaro ca mbere mu 2012. Ici n’igikombe kigira kabiri umugwi wa Messager Ngozi utahukanye  mu mateka yawo. Ufise  igikombe kimwe citiriwe umukuru w’igihugu co muri 2016 ikindi ca Primus Ligue c’uyu mwaka. Messager Ngozi itwaye igikombe ca 2018 isubiriye LLBS4A yari yagitwaye  muri 2017. Ikaba itwaye igikombe cuno mwaka mu nkino 3O yakinye yatsinze inkino 22, unganya 4 utsindwa 4. Abamenyereza batandukanye nka Joslin BIPFUBUSA, Mo mamo monciro  umunya Serbia baragerageje biranka kuronswa uyo mugwi igikombe ca Primus Ligue bari banyote ariko Jean Jacques Eydélie umumenyereza wabo w’umufaransa akaba abashikanye kw’ihangiro mu kubaronsa  ico gikombe ca Primus Ligue Burundi uno mwaka. Mwomenyako uyu mu menyereza afise impamya bushobozi yokumugabane wa buraya ndetse yaranatwaye igikombe ca UEFA Champions League nk’umukinyi wa Olympic de Marseille 1993. Messager Ngozi ije kwiyongera kuyindi migwi ifise kino gikombe ca Primus Ligue nka Vital’o Fc ifise ibikombe 20, Inter Fc ibikombe 9, Maniema Fantastique ibikombe 6, As Inter Star ibikombe , Athletico Olympic ibikombe, Prince Louis Fc ibikombe 2, Stella Matutina Fc 2, LLBS4A ibikombe 2, Muzinga Fc igikombe 1, Flambeau de l’est igikombe 1, Maniema Fc igikombe 1, Bs Dynamik New Look igikombe 1, Espoir Fc igikombe 1 co kimwe na Messager Ngozi ironse cuno mwaka. Ikinyamakuru Magaratimes kikaba gikeje umugwi wa Messager Ngozi n’indogozi zawo kukuntu bitanze kugira ngo uno mwaka baronke igikombe ca Primus Ligue kikabipfuriza kandi no kuzovyifatamwo neza mu mwaka uza aho uzoba uriko userukira igihugu cacu mu nkino za Champions League zo kumugabane wa Afrika.
Primus Ligue : Messager Ngozi yoba irihafi yo gutahukana igikombe ku ncuro yabo yambere?
Messager Ngozi ku kibuga Urukundo Inyuma yo gutsinda ibitsindo 2-1 umugwi wa LLB kuruyu wa kane ku kibuga Urukundo, Messager Ngozi irihafi yo gutahukana igikombe ca Primus Ligue Burundi cabo ca mbere mu mateka yuwo mugwi, isabwa kuronka inota rimwe gusa mu rukino rwanyuma isigaje gutana mu mitwe na Olympic star  urukino ruzobera i Muyinga mw’indwi ya nyuma ya 30 ya Primus Ligue. Iddy MUSEREMU na Olivier BAYIZERE nibo binjirije Messager Ngozi mugihe LLB aribo batanguye kw’injiza igitsindo ca Thomson Seif NDAYIZEYE. Messager Ngozi iciye ikwiza amanota 69 n’ibitsindo 28 mugihe LLB ifise amanota 66 n’ibitsindo 29. Icizere LLB isigaje kugira ngo isubire gutahukana igikombe c’uno mwaka nuko isabwa gutsinda Delta Star hama Messager Ngozi itsindwe na Olympic star. Kuruhande rwa Messager Ngozi umumenyereza Jean Jacques Eydélie yari yashimye gutanguza mu kibuga abakinyi bakurikira: RUKUNDO Onésime, AMINI Abdoul, NYANZIRA Hamza, VYIZIGIRO Lewis, MVUYEKURE Radjabu, IRAMBONA Tonny, KARIKERA Ibrahim, URASENGA Cédrick Danny Kagabo, MUSEREMU Iddy, MPISEMWO Ladislas, NIZIGIYIMANA Ismail. Mugihe kuruhande rwa LLBS4A umumenyereza BANKUWIHA Emmanuel batazira « Mayele » yari yatanguje mu kibuga : MUTOMBO Fabien, NIYONKURU Pascal, HARERIMANA Rashid Léon, NDAYE Chancel, NDORIYOBIJA Eric, HAKIZIMANA Issa, HARERIMANA Moussa Hafidh, Iddy Saidi Djuma, Moussa Mossi Hadji, NDIZEYE Thomson Seif, BOUE Bi Marc Olivier Kubindi bibuga naho bikaba vyagenze uku gukurikira. Itariki 24 Rusama 2018. Messager Bujumbura 1-0 Flambeau du centre. Bujumbura city 0-1 Vital’o Fc. Musongati 1-2 Aigle Noir. Les Lierres 8-2 Les Jeunes Athletics. Itariki 23 Rusama 2018. Athletico Olympic 1-1 Flambeau de l’est. Ngozi city 1-0 Inter star. Mwomenyako imigwi ya Inter Stars, Les Jeunes Athletics na Delta star imaze gukoroka icicaro ca 2 nubwo ihiganwa risigaje urukino rumwe rumwe ku mpande zose ngo rirangire inkino za nyuma zikazokinwa kumagenekerezo ya 26 na 27 Rusama 2018. Itariki 26 Rusama 2018. 15h00 Ivyizigiro : Messager Bujumbura vs Les Lierres 15h00 Ingoma : Delta star vs LLB S 4 Africa 13h00 Don Bosco: Bujumbura city vs Ngozi city. 15h00 Don Bosco: Les jeunes Athletics vs Flambeau du centre 15h00 Umuco : Olympic star vs Messager Ngozi 15h00 Urunani : Inter star vs Vital’o fc Itariki 28 Rusama 2018. 15h00 Don Bosco : Athletico Olympic vs Musongati fc 15h00 Ingoma: Flambeau de l’est vs Aigle noir
Burundi Primus Ligue : FFB yashize ahabona urutonde rwimfata kibanza rw’abakinyi n’abamenyereza bazohambwa ubushimwe mu mpera zihiganwa.
Ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi FFB nkuko ryama ribikora mu gutanga ubushimwe butandukanye mu mpera zihiganwa rya Primus Ligue Burundi uno mwaka iryo shirahamwe rikaba rije ritavyorosha  aho ryongereje abazohabwa ubushimwe nk’abamenyereza bavyigenjeje neza gusumba abandi umukinyi akiri muto yaranze rino higanwa hamwe n’abakinyi babarundi basanzwe bakina hanze y’igihugu cacu eka mbere n’urutonde rw’abakinyi 11 baranze rino higanwa. Izo ni zimwe mu mpinduka zidasanzwe muri Primus Ligue tutari tumenyereye kuva rino shirihamwe ry’umupira wa maguru mu burundi ritangura. Abakinyi  bari mu mice itandukanye nibo batowe n’igisata kijejwe ubuhinga mw’ishirahamwe FFB kugira ngo bazotorwe n’abamenyesha makuru b’inkino mu burundi hamwe n’abamenyereza gusa. Iyo mice y’abakinyi batowe n’amazina yabo nayo naya akurikira: Umumenyereza yigenjeje neza gusumba abandi. Jean Jacques Eydélie (Messager Ngozi) Emmanuel BANKUWIHA « Mayele » (LLBS4A) Joslin BIPFUBUSA (Aigle Noir) Umukinyi yaranze umwaka akiri muto. HAKIZIMANA Hamimu (Inter star) NDAYISHIMIYE Jospin (Delta star) KANAKIMANA Bienvenue (Aigle noir) Umukinyi yaranze umwaka wa Primus Ligue. SHAKA Bienvenue (Aigle Noir) URASENGA Cédrick Danny Kagabo (Messager Ngozi) Slim Saidi (Olympic star) NAHIMANA Jonathan (Vital’o fc) KWIZERA Eric (Les Lierres) Iddy MUSEREMU (Messager Ngozi) Fabien MUTOMBOLA (LLBS4A) Ramadhan Pascal (Olympic star) NDIZEYE Seif Thomson (LLBS4A) MURYANGO Mabano (Aigle Noir) Umukinyi yaranze umwaka akina hanze y’igihugu. NDARUSANZE Jean Claude (As Kigali) Pierre KWIZERA (Rayon Sport) Hussein Shaban (Rayon Sport) NSABIYUMVA Féderick (Chippa united) Abakinyi 11 baranze Primus Ligue. Abanyegori: Jonathan NAHIMANA (Vital’o fc), RUKUNDO Onésime (Messager Ngozi), Fabien MUTOMBOLA (LLBS4A) Abakinyi binyuma kumpande: NDAYE Chancel (LLBS4A) Rashid Léon (LLBS4A), BIGIRIMANA Ramadhan (Aigle Noir), KASHINDI Joseph (Vital’o fc) , Amini Abdoul (Messager Ngozi) Abakinyi binyuma bakina hagati: NDORIYOBIJA Eric (LLBS4A), Samuel NDAYIZEYE (Vital’o fc), Selemani Moustapha (Aigle Noir), Muryango Moussa (Vital’o fc), MWENEBANTU John (Olympic star). Abakinyi bakina hagati: Urasenga Cédrick Danny Kagabo, KWIZERA Eric, MURYANGO Mabano (Aigle Noir), IDDY Saidi “Ballack” (LLBS4A), NIYONKURU Pascal (LLBS4A), MBIRIZI Christian (Vital’o fc), Rahim NSENGIYUMVA (Messager Ngozi), HARERIMANA Moussa Hafidh (LLBS4A), Eric MBIRIZI (Buja city) Abasatirizi: Slim Saidi (Olympic star), SHAKA Bienvenue (Aigle Noir), Iddy MUSEREMU (Messager Ngozi), Ramadhan Pascal (Olympic star), Juma Mohammed (Musongati), Jules Ulimwengu (LLBS4A), Seifu Thomson (LLBS4A) Mwomenyako Abobakinyi bamaze gutorwa umwumwe bivanye n’umuce barimwo bakaba batowe n’abanditsi n’abamenyesha makuru hari kuruyu wakabiri mu nyubako za FFB bikaba bitegekanijweko n’abamenyereza nabo bazobatora ukwabo ibizova murayo matora mukazobimenyeshwa, ariko uno mwaka abakunzi b’inkino ntibazotora.
Coupe du monde 2018: Argentine mu gikombe c’isi yose idafise Mauro Icardi kizigenza wa Inter de Milan.
Jorge Smpaoli umumenyereza w’igihugu c’Argentine inyuma yo guhamagara abakinyi 35 bimfata kibanza noneho yahavuye abagabanya agumiza 23 basabwa na FIFA azokwifashisha mu gikombe c’isi yose, rimwe mu mazina akomeye atagaragara muri runo rutonde rwa Argentina ni Mauro Icardi kizigenza wa Inter de Milan akaba ari nawe yarangije ihiganwa rya Série A afise ibitsindo vyinshi 29. Coupe du monde 2018: Isco, Andrés Iniesta na Marco Asensio bazoserukira igihugu cabo ca Espagne ariko  Morata ntarimwo.  Urutonde rwabo bakinyi nabo n’aba bakurikira: Abanyegori: Sergio Romero, Franco Armani, Willy Caballero Imyugariro: Gabriel Mercado, Federico Fazio, Nicolas Otamendi, Cristian Ansaldi, Nicolas Tagliafico, Marcos Rojo Abakinyi bohagati: Ever Banega, Javier Mascherano, Eduardo Salvio, Lucas Biglia, Angel Di Maria, Gio Lo Celso, Manuel Lanzini, Maxi Meza, Marcos Acuna. Abasatirizi: Lionel Messi, Sergio Agüero, Gonzalo Higuaín, Cristian Pavon, Paulo Dybala Mwomenya ko Argentine iri mw’itsinda rya D rigizwe n’ibihugu nka Isalnde, Croatie na Nigeria urukino rwayo rwa mbere rukaba rutegekanijwe itariki 16 Ruheshi uyu mwaka nyene turimwo.
Basketball ACBAB: Urunani rubandanya rwitwara neza mugihe Muzinga itera isubira inyuma, Berco star yarakosoye Rumuri.
Inkino za basketball mu cicaro ca mbere n’icakabiri kuruha rw’abahungu no kuruhande rw’abigeme zarabandanije mu mpera zino ndwi aho umugwi w’Urunani kuruhande rw’abahungu yaravyitwayemwo neza itsinda Muzinga, mugihe kuruhande rw’abigeme Berco star yarakosoye bimwe vyakarorero umugwi wa Rumuri mu cicaro cambere mu bigeme. Inkino zikaba zagenze uku gukurikira mu vyicaro bitandukanye. Icicaro ca mbere ku ruhande rw’abahungu: Gymkana 83 – Kern 81 Mutanga United. 75 – 96 New Star Muzinga 68 – 81 Urunani Dynamo 77 -65 Les Hippos Icicaro ca mbere ku ruhande rw’abigeme: Berco Stars 122 – 25 Rumuri Les Gazelles 80 – Aigle Noir 30. Icicaro ca kabiri kuruhande rw’abahungu. Kuwa gatatu: Mutanga United 52 – 59 Ambassadors Ishaka 58 – 71 Gymkana New Star 33 – 39 Les Amis Kuwa gatandatu: Gymkana 47 – 40 Les Amis Mutanga United 42 – 65 New Star Ku musi w’imana:
Urunani 57 – 43 Ishaka
Dynamo 46 – 51 Tuze C. Ambassadors nayo ikaba yaratsinze impaga Gasenyi kuko batatonze ku kibuga. Icicaro ca kabiri kuruhande rw’abigeme. Les Gazelles 30 – 45 Berco Star Abakinyi baranze ino nwi nabo naba: Vanessa KANEZA wa Les Gazelles Bertrand NDIKUMASABO wa Dynamo.
Coupe du monde 2018: Isco, Andrés Iniesta na Marco Asensio bazoserukira igihugu cabo ca Espagne ariko  Morata ntarimwo.
Kuruyu wa mbere niho umumenyereza wa Espagne Julen Lopetegui yashize ahabona urutonde rw’abakinyi 23 agiye kwifashisha mu gikombe c’isi yose cimirije itariki 14 Ruheshi mu gihugu c’Uburusiya. Urutonde rutarimwo Alvaro Morata wa Chelsea hamwe n’umwe mubakinyi bari bafitiye runini Chelsea mukibanza cinyuma Marcos Alonso nawene ntiyahamagawe. Dusangamwo abakinyi 6 bo muri Real Madrid mugihe Fc Barcelona ifisemwo abakinyi 4 Atletico Madrid ikagiramwo 3. Abo nabo akaba araba bakurikira: Coupe du monde 2018 : Ububirigi bwasohoye urutonde rw’abakinyi 28 bimfata kibaza bazobuserukira.  Abanyegori: David De Gea, Kepa Arrizabalaga, Pepe Reina. Imyugariro: Dani Carvajal, Alvaro Odriozola, Jordi Alba, Nacho Monreal, Nacho Fernandez, Cesar Azpilicueta, Gerard Piqué, Sergio Ramos. Abakinyi bohagati: Sergio Busquets, Andrés Iniesta, Thiago Alcantara, Koke, Saul, Isco, Marco Asensio, David Silva. Abasatirizi: Lucas Vazquez, Rodrigo, Iago Aspas, Diego Costa. Mwomenyako Espagne canke La Roja iri mw’itsinda rya B ikaba irikumwe na Portugal Maroc na Iran urukino rwayo rwa mbere mugikombe c’isi bakazotana mu mitwe n’igihugu ca Portugal itariki 15 Ruheshi uyu mwaka nyene.
#Burundi #Football: Amakuru yigura nigurishwa mu Burundi.
Imirwi yo mucicaro ca mbere irabandanya igura abakinyi mukwitegurira ihiganwa rya Primus Ligue ryo mû mwaka uza. Umurwi w’igiporisi c’Uburundi, Rukinzo FC kuri uyu wakane warashize ahabona amazina yabakinyi 3 baje bava mû murwi wa Aigle Noir basinye amasezerano y’imyaka ibiri ibiri abo nabo ni: Hakizimana Héritier umukinyi wo kuruhande rw’iburyo, Séraphin Hakizimana hamwe n’umusatirizi Cédric Titi Mavugo. Kurundi ruhande, Vital’O FC nawonyene ntiwicaye aho umaze kugura abakinyi bashika kuri batanu, abo nabo ni ni: Ndizeye Thomson umusatirizi wo kuruhande rw’iburyo n’ibubamfu wa kera wa Lydia Ludic yahora akinira umurwi wa Vipers wo mugihugu c’Ubugande, Ndayikengurukiye Fabrice umukinyi w’inyuma  asanzwe akinira umurwi wa Inter Star, Uwimana Trésor umusatirizi yahora muri Flambeau De l’est aje gusubirira Sudi Abdallah ari munzira yo kwimukira mû mirwi yo mukarere, Nahimana Moussa na Nsegiyumva Yves abo bakinyi babiri bahora mu murwi wa Bumamuru FC. Hambavu yabo bakinyi hariho abandi bamaze gusinya amasezerano yo kuguma muri Vital’O FC abo nabo ni Nahimana Claude, Nimubona Vianney na Dusabe Olivier.
#Burundi #Football: Uwahoze ari kizigenza wa Les Lierres FC yasinye muri Musongati FC.
Umukinyi wo gahati yahora ari na kizigenza w’umurwi wa Les Lierres FC, Bigirimana Roger yasinye amasezerano yo gukinira umurwi w’igikundiro c’abanyagitega Musongati FC. Bigirimana Roger yasinye amasezerano y’imyaka 2 yo gukinira umurwi wa Musongati FC. Roger aje kwiyongera kubandi bakinyi bashika kuri munani bamaze gusinya amasezerano yo kukinira umurwi wa  Musongati FC abo nabo ni: Nduwimana Ibrahim umunyegori (Aigle Noir) Intwari Eddy Umukinyi wohagati (Aigle Noir) Ayubu Ndayishimiye umukinyi w’inyuma (Ngozi City) Irakoze Amissi Leo umusatirizi (Ngozi City) Rukundo Benjamin umukinyi asatira avuye kuruhande (Flambeau De L’est) Hakizimana Issa umusatirizi (Flambeau De L’est) Omar Kabuzi umukinyi wohagati (Athletico Olympic) Bonfils Kahindo (Athletico Olympic) Bigirimana Roger asinye muri Musongati FC mugihe les Lierres FC iherutse gushira ahabona izina ryuwo mukinyi murutonde rw’abakinyi izokoresha mû mwaka uza.
#Juventus: Inkuru nziza kuri Cristiano Ronaldo.
Inkuru nziza kuri Christiano Ronaldo umusatirizi wa Juventus, w’imyaka 34 yatsindiye uyo murwi ibitsindo 28 mu nkino 43 zose yawukiniye. Mugihe yahora yagirizwa gufata kunguvu umugore w’umunyamerika kazi hari 2009 mugisagara ca Las Vegas, uyo munya Portugal ntiyo bandanya agira ubwoba kurivyo yagirizwa nkuko ikinyamakuru Bloomberg kibivuga.  Ico kinyamakuru gisigura ko uyo mugore yahora yitwarira CR7 yahavuye abivamwo. Ico kinyamakuru nyene kibandanya kivuga ko uyo mugore yakuyemwo akarenge kuriyo dosiye kubushake bwiwe kuva mu kwezi guheze aho yasavye abacamaza bo mukarere ka Nevada mugisagara ca Las Vegas ko yahagaritse gukurikira uyo mukinyi wa kera wa Real Madrid.
#Burundi #BeachSoccer: Uku niko imirwi yatsindanye mundwi ya kabiri kumupira ukinirwa kumusenyi.
Ihiganwa ry’umupira wa Maguru ukunirwa kumusenyi ryarabandanije mu mpera zino ndwi, hakinywe inkino 5, zibiri kuri uyu wa gatandatu nizindi zitatu zakinywe kuri uyu w’Imana w’indwi iheze.  Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 1/06/2019:
Mikimba Karera Beach 5-4 Les Elites.
Africa Sport 12-7 Muro Suppliers Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 2/06/2019. Kanyosha Beach 2-0 Bunge FC.
Indundi Beach 8-7 Saga Sable BS.
Bibamba Beach 6-4 Azam FC. Inkino zitegekanijwe mu ndwi gatatu ya Beach Soccer ku kibuga ciririwe « Safi Beach » gitumbereye mugisagara ca Bujumbura kungengera z’ikiyaga Tanganyika impande y’ikivuko ca Bujumbura. Kuwa gatandatu igenekerezo 08/06/2019 : 15h30 : Les Elites Beach vs Bunge FC. 16h30 : Africa Sport vs Azam FC. Ku munsi w’Imana igenekerezo 09/06/2019 : 07h30 : Mikimba Karera Beach vs Bibamba Beach 08h45 : Muro Suppliers vs Saga Sable FC 10h00 : Kanyosha Beach vs Indundi Beach FC.
#Burundi #Basketball: Urunani na Les Gazelles zatanguye ihiganwa neza.
Ihiganwa ry’umupira wamaboko mugisagara ca Bujumbura mumpera zino ndwi ryaratanguye icese kuruhande rw’abagabo nokuruhande rw’abigeme. Dynamo isanzwe ariyo afise igikombe yatahukanye mû mwaka uheze yatsinzwe n’umukeba wabo Urunani rubarushije amanota 12 (47-35). Kuruhande rwabigeme naho Les Gazelles yatsinze umurwi wa Aigles noirs bigoranye cane, ubarushije amanota 2 rugusa (46-44).  Muri rusangi uku niko imirwi yatsindanye kuruhande rwabagabo: Mutanga United 42-89 Les Hyppos
Kern 93-88 Muzinga
New Stars 77-83 Gymkhana
Urunani 47-35 Dynamo Uku niko imirwi yatsindanye kuruhande rwabigeme: Aigles Noires 44-46 Les Gazelles
Berco Star 46-39 Young Sisters
#Burundi #Football: Inter Star yashize ukuguru kumwe muri Primus Ligue.
Murukino rwambere  rwamajonjora rwo kurondera itike yokuduga icicaro ca mbere muri Primus Ligue Burundi rwakinywe kuri uyu wa gatandatu,  rukaba  rwabereye ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore aho umurwi wa Inter Star wari wakiriye Delta Star watsinze ibitsindo (2-1).  Delta Star niwo watanguye kwinjiza igitsindo wa Inter Star, igice ca mbere c’urukino kirangira Delta Star imenyerezwa na Karumba Jean batazira « Tigana » uri imbere n’igitsindo (1-0) bwa Inter Star. Abasore b’umumenyereza Aben aribo Inter Star bagombora ico gitsindo babikesheje umusatirizi wabo Kashilembo Issa, ndetse baronka n’igitsindo ca kabiri cinjijwe  n’umukinyi wabo w’inyuma Rugonumugabo Stéphane. Iminota mirongo icenda irarangira Inter Star ironse amanota atatu y’urukino rwambere mukurindira urwo gusubiriza,  rutegekanije itariki 8 Ruheshi uyu mwaka nyene. Intsinzi y’umurwi wa Inter Star yaronse,  ihaye amahirwe yogushira ukuguru kumwe muri Primus Ligue Burundi aho usabwa kunganya gusa murukino rwo gusubiriza kugira ngo ugaruke mucicaro ca mbere. Ni mugihe Delta Star ubwayo  isabwa gutsinda igitsindo (1-0) kugira ngo uronke amahirwe nawo yokugaruka mucicaro ca mbere.
#ChampionsLeague  Liverpool vs Tottenham: Urutonde rwabakinyi bashobora gutangura mukibuga.
Inyuma yaho Chelsea itahukaniye igikombe ca Europa League inyagiye Arsenal ibitsindo (4-1) hari kuri uyu wa gatatu hariya mugisagara ca Baku mugihugu ca Azerbaïdjan.   Kuri uyu wa gatandatu igihe c’isaha 21h00 z’ijoro hategekanijwe urukino rwanyuma rwa Champions League ruzakubera mugisagara ca Madrid mugihugu ca Espagne ku kibuga ca Wanda Metropolitano, hagati ya Liverpool imenyerezwa n’umudagi Jürgen Klopp hamwe n’umurwi wa Tottenham umenyerezwa n’umunya Argentine, Mauricio Pochettino; iyo mirwi yose uko ari ibiri ikabariyo mugihugu c’Ubwongereza. Urutonde rwabakinyi bashobora gutanguzwa mukibuga nabo bamenyereza ku mpande zose uko ari zibiri naba bakurikira: Tottenham: Lloris, Trippier, Alderweireld, Vertonghen, Rose, Wanyama, Sissoko, Eriksen, Alli, Son na Kane. Liverpool: Alisson, Alexander-Arnold, Matip, Van Dijk, Robertson, Fabinho, Henderson, Wijnaldum, Mané, Firmino na Salah. Mugihe Liverpool yotahukana ico gikombe kizoba kibaye ikigira gatandatu mumateka yawo icanyuma bagiheruka muri 2005 mugihe Tottenham yoramuka igitahukana buzoba bubaye ubwambere mû mateka yawo.
#Burundi #Football: Alain Olivier Niyungeko ntiyashimishijwe ningene abakinyi biwe bakinye.
Murukino rwa kivandimwe rwahujije umurwi nserukira gihugu w’Uburundi, Intamba Murugamba watsinze (2-1) umurwi wa Aigle Noir w’i Makamba hari kuri uyu wa gatanu kukibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore. Umumenyerezwa w’Intamba Murugamba, Alain Olivier Niyungeko avuga ko naho umurwi wiwe watsinze ariko atashimishijwe nukungene abakinyi biwe bakinye urwo rukino.  Alain Olivier Niyungeko ati : « Turahejeje gutsinda Aigle Noir nivyo ariko uko abakinyi banje bakinye ntivyanshimishije kuko biraboneka ko bagaye urukino. Nibaza yuko atari rukino rwogufatwa minenerwe. Nzobatera akamo ndababwire ko atarukino rwogufata minenerwe kuko bakinye umengo bariko baratinya ». Kubijanye n’abakinyi bashasha Niyungeko yamenyesheje ko atakintu kinini yobavugako kiretse ko bagize akantu kubwoba. Yamenyesheje kandi ko abo bakinyi azobarabira munkino zibiri za kivandimwe Intamba Murugamba izotana mu mitwe n’imurwi nserukiragihugu wa Algerie nuwa Tunisie mukino zimirije muri kuno kwezi nyene.
#Burundi: Saido Berahino Kizigenza Mushasha w’Intamba Murugamba Muri CAN.
Ntibikiri ibanga, Saido Berahino niwe azokwamba igitambara ca kizigenza w’Uburundi mugikombe c’Afrika giye kubera muri Misiri. Inyuma yoguhabwa ayo mabanga yo kuba kizigenza w’Uburundi muri CAN, Berahino yashimiye Imana abakinyi, umumenyereza hamwe n’abamufasha kuba bamwizigiye baramuha ayo mabanga. Saido Berahino yagize ati:  « Ndashimiye Imana, murakoze cane abakinyi, umumenyereza hamwe n’abamufasha kuko iyataba bo aya mahirwe yo kuba kizigenza ntayo nari kuronka. Ariko ivyo ntibisigura ko ndi hejuru y’abandi. Igihe nashika mu Ntamba nasiguriye abakinyi ko dufise ihangiro rimwe. Iryo hangiro naryo rikaba risigura kuba umwe.  Ico nico nipfuzako yukokituranga mugihe cose tuzoba turi mu nkino za CAN. mugihe c’inkino za CAN. Imana irikumwe natwe izobidufashamwo ». Saido Berahino yabandanije  Avugako majambo: « Nzogerageza, nzokwitanga ijana kwijana, kuva aho nashikiye ngaha nazanye ubuzobere bwanje nakuye i burayi. Ivyo ntibisigurako ndusha urugero abandi basanzwe bakina ngaha. Kuko muribo hariho abataronse amahirwe yokuja mumashure y’igisha umupira ariko barazi gukina neza. Mwarabibonye igihe twakinye n’Igihugu ca Mali hamwe na Gabon, urabona ko umupira w’Uburundi uriko uratera imbere. Gusa hari utuntu duto duto kubijanye n’ubuhinga dutegereza guhindura ». Berahino yarangije asaba abarundi kubandanya babashigikira ngo kuko vyose birashoboka muri CAN.
#Burundi #Ngozi: Slim Saidi Yasinye Muri Messager Ngozi FC.
Umusatirizi Slim Saidi yahora akinira mu mwaka uheze umurwi wa Olympic Star yasinye amasezerano yogukinira umurwi Messager Ngozi FC mu mwaka w’inkino uza.  Slim Saidi yasinye amasezerano y’imyaka ibiri yogukinira Messager Ngozi FC watahukanye ikibanza ca kane muri Primus Ligue Burundi mu mwaka w’inkino uheze wa 2018-2019. Bikaba vyitezwe ko Slim Saidi ashobora gushika muri Messager Ngozi FC inyuma y’amafungo y’ukwezi kwa Ramadhan. Nkuko Messager Ngozi FC yabimenyesheje ibicishije kurubuga ngurukana bumenyi bwayo. Mwomenyako Slim Saidi muri uyu mwaka uheze ata kintu kinini yerekanye nk’umusatirizi kuko yinjije ibitsindo 4 mugihe mu mwaka wa 2017-2018 uyu musore asanzwe ar’imvukira y’intara ya Muyinga yatsinze ibitsindo 22 icogihe yabaye umusatirizi agira kabiri mubatsinze ibitsindo vyinshi inyuma ya Shaka Bienvenu we yinjije ibitsindo 25
FC Barcelone : Ernesto Valvedre Mu muryango Wo gusohoka, Roberto Martinez Mu muryango Wo kwinjira?
Umumenyereza wa FC Barcelone, arashobora kwirukana nubwo ashigikiwe na bamwe mubakinyi bafise ijambo muri uwo murwi. Umumenyereza ashobora kuzomusubirira murico kibanza n’umunya Espagne amenyereza Igihugu c’Ububirigi, Roberto Martinez nkuko ikinyamakuru Sport kibivuga. Ico kinyamakuru kivugako Roberto Martinez amaze kwemera kuza kumenyereza umurwi wa FC Barcelone wo mugisagara ca  ya Catalunya ahasanzwe avuka. Sport kivuga kandi ko mugihe Martinez yoramuka aje muri FC Barcelone atazoza wenye ahubwo ko azozanana na Thierry Henry nk’icegera ciwe, kuko basanzwe bamenyeranye cane nuyo mufaransa yamubereye icegera mu murwi nserukira gihugu w’Ububirigi. Roberto Martinez w’imyaka 45 y’amavuko, hambavu yo kuba amenyereza umurwi w’Igihugu c’Ububirigi kuva muri 2016 gushika ubu, Nuko kandi amaze kumenyereza imirwi ya Swansea City, Wigan Athletic na Everton yo mu Bwongereza.
#Burundi #Gitega #BreakingNews: Urutonde Rw’Abakinyi Indwi Bamaze Kugurwa Na Musongati FC.
Umurwi wa Musongoti FC wo mu ntara ya Gitega wari umaze iminsi uri mugacerere kadasanzwe kubijanye n’igura rw’abakinyi bashasha boza kwifadikanya nabahahora canke kuza gusubirira abaherutse kuwuvamwo nka Mbazumutiama Baba, Pascal Ramadhan n’uwundi musore batazira « Coutihno » bose bakaba  bimukiye muri Olympic Star. Kuri uyu w’Imana uwusanzwe ari uwurongoye igisata c’inkino muri   uyo murwi w’igikundiro c’abanyagitega ariwe, Nugu Lewis yahavuye ava mugacerere aho yashimye gushira ahabona urutonde rw’abakinyi indwi bamaze gusinyishwa amasezerano yogikirira uyo murwi mu mwaka uza. Muri runo rutonde dusangamwo abakinyi ba biri bahora mu murwi wa Ngozi City, abandi babiri bahora muri Aigle Noir, babiri muri Flambeau De L’est hamwe n’uwundi mukinyi umwe yahora muri Athletico Olympic. Nduwimana Ibrahim umunyegori (Aigle Noir) Intwari Eddy Umukinyi wohagati (Aigle Noir) Ayubu Ndayishimiye umukinyi w’inyuma (Ngozi City) Irakoze Amissi Leo umusatirizi (Ngozi City) Rukundo Benjamin umukinyi asatira avuye kuruhande (Flambeau De L’est) Hakizimana Issa umusatirizi (Flambeau De L’est) Omar Kabuzi umukinyi wohagati (Athletico Olympic) Aba bakinyi baka baje kwiyongera kuri Ndayizeye Eric, Musore Aroon, Irakoze Saidi, Halidi Selemani hamwe n’abandi benshi bazoguma muruyo murwi.
Lydia Ludic: Umwuzo Wa Hailé Shalom Urashobora Kwugururira Umiryango Bankagakura Bosco?
Haile Shalom umunyegori yahora mû murwi wa Ngozi City Yarasinye amasezerano yogukinira umurwi wa Lydia Ludic Burundi Sport 4 Africa wo mugisagara ca Bujumbura. Uyu munyegori wa kabiri w’Intamba Murugamba zabatarenza imyaka mirongo ibiri yashimye gutandukanya n’umrwi wiwe wa Ngozi City yawukiniye imyaka ibiri kandi ko ariwo wamumenyekanishije. Twamurondeye kuri terefone yiwe ngendanwa, Hailé Shalom ntavyinshi yashimye kutubwira kiretseko yemeye ko yasinye amasezerano yo gukinira Lydia Ludic. « Narasinye amasezerano yogukinira Lydia Ludic Burundi mû mwaka uza, kuko amasezerano nari mfitaniye na Ngozi City yarangiranye nuyu mwaka w’inkino uheze ».
Umwuzo wa Hailé Shalom muri Lydia Ludic Burundi Sport 4 Africa urashobora  gutuma uwundi munyegori yarasanzwe ari muri uyu mû murwi wahatswe gukoroka icicaro azwi kwizina rya Bankagakura  Bosco umunyegori wa kera wa Rumonge City yiyumvira kuwuvamwo mugihe nawe nyene yerekanye urugero rwiza kandi ko wari umwaka wiwe wa mbere akinye mucicaro ca mbere Primus Ligue. Bankagakura Bosco yarahamagawe murutonde rwimfata kibanza mû Ntamba Murugamba zabatarenza imyaka mirongo ibiri n’itatu zasezerewe na Congo Brazzaville.
Cliquez pour partager sur Twitter(ouvre dans une nouvelle fenêtre)Cliquez pour partager sur Facebook(ouvre dans une nouvelle fenêtre)Cliquez pour partager sur Pinterest(ouvre dans une nouvelle fenêtre)Cliquez pour partager sur Skype(ouvre dans une nouvelle fenêtre)Cliquez pour partager sur Telegram(ouvre dans une nouvelle fenêtre)Cliquez pour partager sur WhatsApp(ouvre dans une nouvelle fenêtre)Cliquez pour partager sur LinkedIn(ouvre dans une nouvelle fenêtre)Cliquez pour partager sur Tumblr(ouvre dans une nouvelle fenêtre)Cliquez pour partager sur Pocket(ouvre dans une nouvelle fenêtre)Cliquez pour partager sur Reddit(ouvre dans une nouvelle fenêtre)Cliquez pour envoyer par e-mail à un ami(ouvre dans une nouvelle fenêtre)Cliquer pour imprimer(ouvre dans une nouvelle fenêtre)
Sur le même thème

#Burundi #Interview: Ntacizere Bafise Cogutahuka Mugihugu Bavuye Muri Gabon Guserukira Uburundi Mu Nkino Zoguterana Ingumu Kubera Kubura Amafaranga Yokuriha Ihoteri!
Abanonotsi ba Barundi bahora mu nkino z’Afrika Zoguterana ingumu (Boxe)  ziherutse kubera mugihugu ca Gabon, bugarijwe mw’ihoteri i Libreville muri Gabon biturutse kukubura amafaranga yo kuriha ihoteri. Eric Ndayishimiye arongoye ishirahamwe ry’urukino rwaguterana ingumu mu Burundi avugako ubu bafashwe nabi cane murico gihugu ca Gabon aho basigaye bafungurira rimwe ku munsi. Abandaya avugako atacizere bagifise co gutahuka mugihugu kubera ko batariko barashigikirwa ngo barihe ayo mafaranga bishuzwa. Uwurongoye ishirahamwe ryo guterana ingumu mu Burundi atera akamo Abarundi kubafasha kugira ngo batahuke mugihugu.  Umwiriza kuri Audio munsi ikiganiro Twagiranye na Eric Ndayishimiye. Mwokwibukako Abanonotsi batatu bari baserukiye Uburundi muri Gabon babiri nibo batahukanye imidari ibiri, umwe w’ifeza uwundi w’umujumbu. Kuruhande rw’abigeme ni Ornella Havyarimana (51Kg)  kuruhande rw’abahungu ni Ndayizeye Jean Marie (75kg).
Burundi: FFB Yategetse Inter Star Kuriha Karumba Jean Imiriyoni Zitatu N’ibihumbi Amajana Abiri (3.200.000Fbu).
Igisata kijejwe amategeko mw’Ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi, FFB caciriye urubanza umurwi wa Inter Star usanzwe ukini icicaro ca kabiri, Ligue B rwokuriha uwahoze ari umumenyereza wuyo murwi Karumba Jean batazira « Tigana » amafaranga imiriyoni zitatu n’ibihumbi amajana abiri vya marundi (3.200.000 Fbu). Ivyo bihano bikaba biturutse kukutubahiriza amasezerano Inter Star yari yagiranye na Tigana yokuwumenyereza ikiringo c’umwaka umwe. Amasezerano basinyaniye nuwo murwi kw’igenekerezo rya 25 Ruheshi 2018. Inter Star imuhagarika mumabanga yiwe kw’igenekerezo rya 19 Gitugutu 2018 nkuko tubisanga mw’ikete ry’ico gisata kijejwe amategeko muri FFB ryo kuri uyu wa kabiri itariki 21 Ruheshi uyu mwaka.  Ico gisata kirongowe na Marc Manirakiza kivugako cakiriye ibirego vya Karumba Jean Tigana aramutswa umurwi wa Delta Star itariki 23 Gitugutu 2018 yitwarira uwahoze ari umunyamabanga mukuru wa Inter Star Nzeyimana Yassin asaba gushumbushwa bivanye nuko yahagaritswe mu mabanga yiwe bidakurikijwe amategeko.  Inyuma yo kwakira ivyo birego ico gisata kijejwe amategeko muri FFB kivugako kandi ko cari cahanuye impande zose zibiri ko zokwicarana zikavugana mugutorera inyishu ico kibazo ubwabo mu mahoro, ariko biranka ko bumvikana niko guca gitumako izompande zibiri kirazumviriza gisanga icaha cagira Inter Star. Ifoto Karumba Jean Tigana Ico gisata kijejwe amategeko muri FFB categetse Inter Star kuriha Karumba Jean Tigana imiriyoni 3.200.000 angana n’amezi umunani Inter Star yarisigaje guhemba uyo mumenyereza. Tigana yahebwa ku kwezi ibihumbi amajana ane vya marundi (400.000Fbu) akaba yari yaramaze guhebwa  amafaranga y’ubwambere, imiriyoni imwe n’ibihumbi amajana atandatu (1.600.000Fbu) angana na y’amezi ane. Ico gisata kirangiza muriryo kete kivugaka mugihe Inter Star itoshira mungiro ivyo categetswe mukuriha ayo mafaranga Tigana. Kizoca kiyakuye muburyo FFB yama ifasha imirwi mu kwitegurira umwaka w’inkino mushasha wa 2019-2020.
Champions League : Imirwi 22 Imaze Kuronka Uburenganzira Bwokwitabira Izo Nkino Mu Mwaka 2019-2020.
Umwaka w’inkino i Buraya usa nuwuriko urahera buke buke. Imirwi imwe imwe izokwitabira ihiganwa rikomeye cane kuri uyu mugabane ariryo Champions League mu mwaka uza 2019-2020 mu matsinda iza yamaze kumenyekana kurugero runini. Imirwi 22 izokwitabira izo nkino icarimwe mu matsinda imaze kuja ahabona mugihe iyindi itandatu izova mu nkino  zamajonjora muvyo gukuranamwo. Hasigaye kandi ko  hamenyekana imirwi izoba iya gatatu na kane mu butariyano (Serie A) bagisigaje urukino rumwe kugira ihiganwa rirangire hamwe no kumenya umurwi uzofata ikibanza ca kabiri mugihugu c’Uburusiya mukurindira kandi ibizova murukino rwa finale ya Europa League hagati ya Chelsea na Arsenal itariki 29 Rusama uyu mwaka, umurwi uzotahukana ico gikombe. Mugihe  Chelsea yogitahukana bizoha bihaye amahirwe Olympique Lyon wabaye uwa gatatu mu Bufaransa guca ukina Champions Legue. Mugihe Arsenal yogitahukana naho uzoca uja muri Champions League  nubwo warangije ihiganwa ryo mu Bwongereza mukibanza ca gatanu. Photo Credit: EA.com Iyo mirwi 22 imaze kuronka uburenganzira bwokuzokwitabira champions League niyi ikurikira : FC Barcelone, Atlético Madrid, Real Madrid, Valence, Manchester City, Liverpool, Chelsea, Tottenham, Juventus, Naples, Bayern Munich, Borussia Dortmund, Leipzig, Bayer Leverkusen, Paris Saint-Germain, Lille, Benfica, Zenith, Genk, Salzbourg, Galatasaray et Shakhtar Donetsk. Mwokwibukako Champions League yitabirwa n’imirwi mirongo itatu n’ibiri (32) isanzwe ikina kumugabane wa Buraya gusa.
Juventus: Abakunzi Batoye Zinédine Zidane!
Kuva aho Juventus imenyesheje ko itazomenyerezwa na Massimiliano Allegri mu mwaka uza. Ibihuha biguma bibandanya bivurwa muri uyo murwi kubijanye n’umumenyereza yoza gufata ico kibanza. Amazina menshi y’abamenyereza niyo avurwa muri Juventus usanzwe ufise igikombe ca Serie A, ariko izina ry’umumenyereza umwe gusa niryo abakunzi ba Juventus babandanya barota koyoza kumenyereza uyo murwi waba Bianconeri nkuko Tuttosport kibivuga. Zinédine Zidane ari mubihe bitoroshe muri Real Madrid kuva aho awugarukiyemwo niwe abo bakunzi ba Juventus bamaze gutora kuza gusubirira Allegri. Aba Tifosi (Abakunzi ba Juventus) babonako atawundi mumenyereza ashobora kubashikana kurwego rwiza ku mugabane wa Buraya atari Zidane yakiniye uyo murwi muri (1996-2001) nkuko ico kinyamakuru ca batariyano kibandanya kibivuga. Photo Credit: Walfoot.be Nubwo Zidane agifitaniye amasezerano na Real Madrid gushika muri 2022, ariko abakunzi ba Juventus barizerako uyo mumenyereza ashobora kuza bivanye nuko umurwi wa Real Madrid utari mubihe bimeze neza aho uherutse gutsindwa inkino zitatu wikurikiranya muri La Liga. Mugihe biruko biravurwako umurwi wa Juventus woba umaze gushira ahabona amazina y’abamenyereza boza gufata ikibanza ca Allegri nka: Maurizio Sarri (Chelsea), Siniša Mihajlovic (Torino), Mauricio Pochettino (Tottenham), canke Simone Inzaghi (Lazio).
Burundi Muyinga : N’Golo Kanté Yasinye Muri Olympic Star.
Kuri uyu wa gatandatu itariki 18 Rusama uyu mwaka nyene, niho umurwi wa Olympic Star wo mu ntara ya Muyinga wasinyishije amasezerano umukinyi wo hagati kunimero zitandatu azwi kw’izina rya Isaïe Niyukuri batizira « N’golo Kanté) yahora akinira umurwi wa Flambeau Du Centre w’i Gitega.  Umurwi wa Olympic Star ubaye umurwi wiwe ugira gatatu Isaie Niyukuri batazira N’golo Kanté, agiye kubandanyirizamwo ivyo gukira umupira wa maguru. Uyu mukinyi w’imvukira yo mu ntara ya Rumonge amaze guca mu mirwi itandukanye nka Flambeau de Rumonge ariwo asanzwe yegukira munyuma yimukira muri Les Crocos FC wo mu Rumonge yawukiniye  imyaka ibiri, Messager Bujumbura nawonyene yawukiniye imyaka ibiri hamwe n’umurwi wa Flambeau Du Centre avuyemwo nawonyene yawukiniye imyaka ibiri. Isaie abaye umukinyi agira kane Olympic Star iguze aje ava mu mirwi yo muntara ya Gitega harimwo ba Pascal Ramadhan, Mbazumutima Baba bahora bakinira umurwi wa (Musonagti FC i Gitega)  hamwe na Ndikumana Chris nubwo ivyiwe ubu bimaze kujamwo amatati.
#Afrika: Burundi U-20 Murutonde rw’Ibihugu Bizokwitabira Jeux Africains Muri Maroc.
Imirwi nserukira bihugu y’itabiriye igikombe c’Afrika kubatarenza imyaka mirongo ibiri (CAN U-20) giherutse kubera mugihugu ca Niger harimwo n’igihugu c’Uburundi niyo izokwitabira ihiganwa ny’Afrika muri 2019 (Jeux Africains) rizobera mugihugu ca Maroc kw’igenekerezo rya 19 gushika 31 Nyandagaro uyu mwaka nyene. Iyo ngingo ikaba yafashwe n’Ishirahamwe ry’umupira wa maguru muri Afrika CAF. Izo mpinduka zikaba ziturutse kuguhindurwa kw’ikirangaminsi c’inkino zanyuma zo kurondera itike z’igikombe c’Afrika ca batarenza imyaka mirongo ibiri n’itatu (U-23) zari zitegekanijwe mu kwezi kwa Ruheshi zikimurirwa mu kwezi kwa Nyakanga uyu mwaka nyene. Mugukinga nihabe ibindi bikorwa vyiryo shirahamwe mugihe hazoba hariko haraba inkino z’igikombe c’Afrika kizobera muri Misiri mu kwezi kwa Ruheshi (CAN 2019). Photo credit: RegionWeek Mwokwibuka ko inkino za Jeux Africains zisanzwe zitabirwa n’imirwi nserukira gihugu kubatarenza imyaka 23 biturutse kuruko guteba niko guca CAN ifata ingigo yoguha uburenganzira ibihugu indwi muri munani vyari vyitabiriye CAN U-20 muri Niger kwitabira iryo higanwa arivyo ; Nigeria, Burundi, Ghana, Afrique y’epfo, Burkina Faso, Mali, Sénégal n’Igihugu ca  Maroc kizokwakira izo nkino.
Burundi: Ururonde rw’Abakinyi 28 b’Intamba Murugamba Bagiye Kwitegurira CAN 2019 Bahejeje Gushirwa Ahabona.
Urutonde rw’abakinyi 28 b’Intamaba Murugamba bagiye kwitegurira CAN 2019 izobera muri Misiri bahejeje gushirwa ahabona n’umumenyereza AlAIN Olivier Niyungeko batazira « Mutombora ». Muri runo rutonde dusangamwo abakinyi bashika kure batatu tutari tumenyereye cane. nka BEMBO Leta Joel yahora akinira umurwi wa  Bangor City wo muri Pays de Galles, DELANYS Valentin Adelin asazwe akinira umurwi wo mucicaro ca gatatu mugihugu c’Ubufaransa mu murwi wa Tarbes Pyrénées FC  hamwe na Elvis Kamusoba asanzwe akinira umurwi wa  Melbourne Victory mu gihuigu ca Austalie.  1. NAHIMANA Jonathan
2. NDIKUMANA Justin
3. ARAKAZA Mac Arthur
4. RUKUNDO Onésime
5. Moussa Omar
6. NDUWARUGIRA Christophe
7. NIZIGIYIMANA Abdoul Karim
8. HARERIMANA Rachid Léon
9. NSABIYUMVA Frédéric
10. NGANDO Omar
11. NSHIMIRIMANA David
12. DELANYS Valentin Adelin
13. BEMBO Leta Joel
14. KWIZERA Pierre
15. BIGIRIMANA Gaël
16. NDAYISHIMIYE Youssouf
17. DUHAYINDAVYI Gaël
18. NAHIMANA Shassiri
19. SABUMUKAMA Enock
20. SHABANI Hussein
21. AMISSI Mohammed
22. NDIKUMANA Yamini Selemani
23. AMISSI Cédric
24. MUSTAFA Francis
25. BERAHINO Saido
26. Abdoul Fiston
27. MAVUGO Laudit
28. KAMSOBA Elvis
Zidane Yipfuzako Umuhungu Wiwe Ariwe Aba Umunyegori Wa Kabiri Muri Real Madrid.
Mugihe bimaze gushirwa ahabona ko Thibaut Courtois ariwe azoba umunyegori wa mbere mu mwaka uza muri Real Madrid hama Keylon Navas nawe akaba amaze kugururirwa umuryango wo kuronderera ahandi azoronka umwanya ukwiye  wogukina. Hako Real Madrid irondera uwundi munyegori yoza gufashanya na Courtois ariko ico kibazo uyo murwi wipfuza kugikemurira kubandi banyegori  basanzwe bafise.  Ikinyamakuru Marca gisigurako uburongozi bwuyo murwi buriko buriyumvira uwohabwa ikibanza co kuba umunyegori wa kabiri. Ico kinyamakuru kivugako uburongozi bwuyo murwi bwipfuza guha ico kibanza  Andriy Lunin umunyegori wabo batijije muri Leganés mugihe umumenyereza wuyo murwi Zinedine Zidane yipfuza ko ico kibanza gihabwa umuhungu wiwe Lucas Zidane w’imyaka 21 amaze gukinira Real Madrid urukino rumwe gusa igihe batsinze Huesca (3-2) hari kw’itariki 31 Rusama.
Burundi: Igenda rya Chris Ndikumana Ntiryaguye Neza Abakunzi Bâ Musongati FC.
Chris Ndikumana umukinyi wa kera wo kuruhande rw’ibubamfu wa Musongati FC, aherutse gisinya amasezerano yogukinira umurwi wa Olympic Star igenda ryiwe ntiryaguye neza Abakunzi buyo murwi w’i Gitega nkuko tubisoma muri groupe ya WhatsApp y’abakunzi buyo murwi. Bamwe basaba ko boteranya amafaranga kugira Musongati FC isubize Olympic Star ayo bahaye Chris Ndikumana ngo agaruke. Abandi nabo bakavugako ivya Musongati FC batariko barabibona neza ariko bakarindira kuraba ivyo uyo murwi wabo uzokora. « Musongati tupa ndani, Chris yari umuntu akunda umurwi gose kandi iyo ageze hose yarawitangira. Nimurabe ukuntu twomugarukana tubasubize amahera yabo. Jewe nka Willy kuruhande rwanje ndafise iconzoterera kuvyo boba baratanze tubasubize. Raba ico dukora Président raba umukinyi wacu Chris ntihagire iyaja twopfuma tumwigurira twebwe abafana raba raba. Musongati tupa ndani ». Uwundi we ati: « Aba Olympic Star tubasubize amahera yabo « . Uwundi mukunzi wa Musongati FC wewe avugako adatahura ivyo uyo murwi urimwo. « Muragabe
Ahubwo ivya Musongati biranatangaje rekaturindire je nzobambona » Uyu wewe avugako ata mukinyi izohava ironka yoza gufata neza ikibanza ca Chris Ndikumana. « Ntitwihagarareko turi kurugendoo. Ivya numéro ya Chris akina ntabakinyi babiri muri Primus League bamusumvya kuyikina ». Uwundi mukunzi wuyo murwi wo muntara ya Gitega avugako igenda rya Chris ryaramubabaje akabonako Musongati FC itazohava igura abakinyi.  » Jewe Chris arambabaje yarazumupira cane vyukuri. Simbona ko abandi bakinyi bazohava bogugwa ». Amakuru dukesha umwe mundongozi za Olympic Star atumenyeshako kugira Musongati FC isubire kuronka Chris Ndikumana bizobasaba kurwiza na gatutu amafaranga bamuguze.
Burundi: Vivier Bahati Arabeshuza Amakuru Amujana Muri RD Congo.
Mugihe vyavurwako yoba amaze kwerekeza mugihugu ca République Démocratique Du Congo kumenyereza umurwi Bukavu Dawa, Vivier yamirira kure ayo makuru avugako atarivyo.  Vivier Bahati amenyesha kandi ko afise iciyumviro co kuronderera ahandi hatari mû Burundi.
« Ndiko Ndiyumvira iconokora, Ariko icipfuzo canje nikuva muhira ». Uyo mumenyereza wa kera wa Musongati FC nuko amasezerano yiwe na Les Lierres FC yararangiye. Mugihe vyoshika Vivier Bahati akagaruka kumenyereza mugihugu ca République Démocratique du Congo ntibizoba bibaye ubwambere amenyereza murico gihugu kuko amaze kumenyerezayo umurwi wa OC Muungano.
Burundi: Nguyu Umukinyi, Umumenyereza n’Umukinyi Akiri Muto Baranze Primus Ligue 2018-2019.
Kuri uyu wa gatanu munyubwakwa z’Ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi, FFB ariho abamenyesha makuru batoye abakinyi hamwe n’abamenyereza baranze umwaka muri Primus Ligue ndetse n’umukinyi w’Umurundi akina hanze yavyifashemwo neza. Ivyavuye murayo matora bimwe bimwe bikaba vyashizwe ahabona kuri uyu wa gatandatu kiretse umurwi w’abakinyi 11 baranze umwaka (Equipe Type). Umurwi wa Aigle Noir ukaba ariwo watahukanye ubwo bushimwe bwose kurivyo bibanza icumukinyi yaranze umwaka, umumenyereza hamwe n’umukinyi akiri muto.  Umukinyi w’umwaka: Kanakimana Bienvenue (Aigle Noir)
Umumenyereza: Joslin Bipfubusa (Aigle . Noir)
Umukinyi akiri muto: Aimé Fales Ndayizeye (Aigle Noir)
Umukinyi akina mu mahanga: Fiston Abdul Razak (JSK) Uku niko bagiye barushanya amanota murivyo bibanza hamwe n’abakinyi barimwo muriyo mice yose.
Burundi: Ligue B: Inter Star Yaranganije, Muzinga FC  Iratsinda, Rumonge City Iranganya.
Inkino zimwe zimwe zo mundwi ya cumi na kabiri zo mucicaro ca kabiri, Ligue B zarabandanije kuri uyu wa gatanu, itariki 10 Rusama uyu mwaka. Inter Star wari wagendeye Les Elephants y’i Bubanza inganya  bibiri kubindi (2-2). Delta Star nayo wari wakiriye Buhumuza kuri Prince Louis Rwagasore utsinda kimwe ku busa (1-0). Rumonge City nawo wari wagendeye Aigle Noir B ku kibuga Ingoma i Gitega iyo mirwi yose ishima kunganya kimwe ku kindi (1-1). Muzinga FC nawo utsinda Volontaire kimwe kubusa (1-0).  Delta Star 1-0 Buhumuza (PLR, 13H:30)
Volontaire 0-1 Muzinga (PLR, 16H:00)
Aigle Noir B 1-1 Rumonge City (Gitega , 14H:00)
Les Elephants 2-2 Inter Star (Bubanza, 14H:00). Inkino zizokinwa kuri uyu w’Imana, itariki 12 Rusama 2019. Unité FC – Royal FC (Muyinga, 14H:00)
Lumière Mwumba – Busoni (Vyegwa, 14H:00)
Top Junior – Moso Sugar (Kayanza, 14H:00)
Les Jeunes Athletics – BS Dynamik (PLR, 15H:00).
Burundi: Chris Ndikumana Yasinye Muri Olympic Star.
Umukinyi wo kuruhande rwo kuzibira rw’ibubamfu, Chris Ndikumana w’imyaka 20 yamavuko yahora mu murwi wa Musongati FC yasinye amasezerano y’umwaka umwe yo gukinira umurwi wa Olympic Star wo muntara ya Muyinga kuva kuri uyu wa kane. Www.magaratimes.com Chris Ndikumana aje kwiyongera kuri, Pascal Ramadhan na Mbazumutima Baba baherutse nabonyene kugurwa nuyo murwi bavuye muri Musongati FC. Ikinyamakuru Magaratimes.Com Uyo mukinyi wa kera wa Magara Star, Olympic Star ubaye umurwi ugira kane agiye kubandanyirizamwo, inyuma yokuba yaraciye mu murwi wa Magara Star wamureze, Rumonge City hamwe na Musongati FC. Olympic Star ukaba umaze gutwara abakinyi batutu umurwi wa Musongati FC ayandi avugako n’abandi bakinyi boba bari munzira yo kugurwa na Olympic Star.
Olympic Star: Nahimana Hussein Welo Munzira Yokugaruka?
Inyuma yokugarukana abakinyi bayo babiri bahora muri Musongati FC, Mbazumutima Baba na Pascal Ramadhan. Olympic Star uri mubiganiro n’umumenyereza wabo wa kera Nahimana Hussein Welo. Amakuru Welo wenyene yemeza. Www.magaratimes.com Tumubajije kukibazo cuko ariwe ashobora kuzogaruka kumenyereza Olympic Star, Welo yatwishuye uku gukurikira: « Ntabwo nshobora kubihakana canke nemeze ko ari jewe nzomenyera Olympic Star ariko hariho ivyo ndiko ndasaba. Burya umuntu arashobora kukwereka ko akwipfuza ko mukorana ariko ivyo umusaba bikamunanira ». Twashatse kumenya ico uyo mumenyereza wa kera wa Musongati FC yoba ariko arasaba kugira ngo agaruke kumenyereza Olympic Star ariko ntiyashimye kubivugira kuri Micro zacu. Nahimana Hussein Welo niwe yahora amenyereza uyo murwi nubwo atarangije ihiganwa rya Primus League Burundi arikumwe nawo kuko yaciye yigira mu Bushinwa kwiga ivyubumenyereza. Muri Olympic Star ninko muhira kuri Hussein Welo kuko ahamaze imyaka itari mike nubwo bishika akagenda Hama akongera akagaruka.
#Burundi #BreakingNews: Olympic Star Igarukanye Abakinyi Bayo Ibakuye Muri Musongati FC.
Umurwi wa Olympic Star wo mu ntara ya Muyinga warangije Ihiganwa rya Primus League Burundi ryo mu mwaka w’inkino uheze 2018-2019 mukibanza c’icumi (10) n’amanota 37. Biraboneka ko muri uyu mwaka ukurikira ko uyo murwi wipfuza kugarukana inkomezi zawo nkuko waserukiye Igihugu mu mwaka w’inkino wa 2017-2018 muri Coupe de la Confédération. Ivyo bigaragarira mukugarura abakinyi bayo bashika kuri babiri bahora mu murwi wa Musongati FC w’i Gitega. Ikinyamakuru Magaratimes.Com Nkuko bigaragara kurayo mafoto, iburyo ni Pascal Ramadhan ariko atera umukono ku masezerano yo gukinira Olympic Star mu mwaka uza arikumwe n’uwurongoye umurwi wa Olympic Star mushasha Général Habarurema Ildéphonse alias King imvukira y’intara ya Muyinga ariwe yasubiriye Nzeyimana Musafiri hakaba hasigaye gusa ko babisira kumugaragaro. Nkuko tubikesha abegereye uyo murwi. Ikinyamakuru Magaratimes.Com Olympic Star ntiyagiranye amasezerano na Pascal Ramadhan wenyene yagarukanye kandi umukinyi wabo winyuma, Mbazumitima Baba akaba nawe yasinye amasezerano yo kuzokinira Olympic Star umurwi amaze imyaka itari mike awukinira. Muri Olympic Star haravurwa kandi ko abakinyi bayo bose bawufashije kuja muri Coupe De La Confédération bashobora kuzogarukanwa vuba. Abo bakinyi bari baravuye muri Olympic Star bakurikiye umumenyereza wabo Nahimana Husein Welo ico gihe yari  muri Musongati FC.
Igituma Paul Pogba Ashobora  Kwerekeza Muri Real Madrid.
Mugihe umurwi wa Real Madrid ubandanya werekana ko umwipfuza Paul Pogba cane mu mwaka uza w’inkino  na cane cane Zinedine Zidane umumenyereza wuyo murwi.  Manchester United urashobora kwisanga utakaje uyo Mufaransa bivanye n’amasezerano Pogba afitaniye na Manchester United yokumukorora umushahara w’ibice  25% mugihe Manchester United itaronse uburenganzira bwo kuja muri Champions League.  Ikinyamakuru The Sun ca Bongereza kimenyesha ko amasezerano Paul Pogba asanzwe afitaniye na Manchester United avugako iyo uyo  murwi utaronse uburenganzira bwo kuja muri Champions League Pogba aca akatwa ibice 25% ku mushahara wiwe asanzwe ahebwa. Ni mugihe Manchester United iherutse gutakaza uburengazira bwo kwitabira Champions League mu mwaka uza. Ico kinyamakuru kivugako ivyo bishobora kuzoca bituma uyo musore w’imyaka 26 yiyumvira kuja muri Real Madrid gusanga Zinedine Zidane atawundi mukinyi arindiriye atari we. Paul Pogba asanzwe ahebwa amafaranga angana hafi imiriyoni 18 ku mwaka  zamanya buraya ku mwaka.
Liverpool Igiye Guhura Na FC Barcelona Idafise Abakinyi Bayo Batatu Ngenderwako!
Umurwi wa Liverpool wo mubwongereza watsinzwe na FC Barcelona (0-3) murukino rwa mbere rw’igice ca kabiri gishira icanyuma muri Champions League, murukino rwabereye i Camp Nou. Ugiye kuzokwakira FC Barcelona murukino rwogusubiriza kuri uyu wa kabiri igihe c’isaha zitatu z’ijoro (21h00) ku kibuga ca Anfield udafise abakinyi bayo bashika kuri batatu.  Uwambere ni Mohammed Salah umunya Misiri ntazoba arimwo biturutse kumvune yagize murukino umurwi wiwe watsinze Newcastle United (3-2) kuri uyu wa gatandatu aho yasekanye n’umunyegori wa Newcastle United, Martin Dubravka bica bituma asohoka mukibuga  mu mutwe hatameze neza. Jurgen Klopp umumenyereza wuyo murwi  kuri uyu wa mbere niho yabishize ahabona ko uyo mukinyi wa kera wa Chelsea atazoba arimwo hari mukiganiro yahaye  abamenyeshamakuru aho yagize ati: Salah ntazokina ku munsi w’ejo. Yararuhutse ariko ntari tayari gukina ku munsi w’ejo.   Uwundi mukinyi wa Liverpool atazoba arimwo n’umunya Brezil Roberto Firmino we vyagiye kumenyekana kuva mw’ijoro ryo ku munsi wa gatandatu bahejeje gutsinda Newcastle United (3-2) aho uyo musore atagaragaye mururwo rukino  munyuma niko Jurgen Klopp yaciye amenyesha ko Firmino atazoba arimwo ku munsi wa kabiri  ariko yamenyesheje kandi ko  barindiriye kuraba uko bizogenda inyuma yuno mwaka w’inkino.  Naby Keita umunya Guinée nawe nyene ntazoba arimwo. N’inyuma yaho ababariye murukino rwa mbere rwabahuje na FC Barcelona i Camp Nou aho yagize imvune yokwitako ndetse akaba agiye kumara amezi abiri ari hanze y’ikibuga nkuko umumenyereza wiwe yabimenyesheje. Liverpool FC idafise Roberto Firmino, Mohammed Salah hamwe na Naby Keita urafise akazi gakomeye ko kwishura ibitsindo (3-0) ku kibuga ca Anfield.
Espagne: Hari Umurwi Wo  Muri La Liga Wipfuza Xavi Hernandez Mukibanza C’ubumenyereza.
Nkuko aheruka kubimenyesha ko mumpera zuno mwaka w’inkino azoca ahagarika ivyo gukina umupira wa maguru, kizigenza wa kera wa FC Barçelona, Xavi Hernandez asanzwe akinira umurwi wa Al Saad wo mugihugu ca Qatar ndetse akaba ariwe na kizigenza muruyo murwi ngo agiye kuzotangura ivyo kumenyereza.  Uyo mugabo w’imyaka 39 ataratangura umwuga wo kumenyereza amaze kuba yipfuzwa n’umurwi wo muri La Liga nkuko ikinyamakuru Sport kibivuga. Bétis Séville niwo  murwi  uriko uripfuza Xavi kugira ngo awubere umumenyereza mu mwaka uza w’inkino. Arashobora kuzofata ikibanza ca Quique Setién uwusanzwe amenyereza uyo murwi bivurwa ko azowuvamwo uyu mwaka w’inkino uheze nkuko ico kinyamakuru nyene kibandanya kibivuga. Xavi Hernandez akaba arumwe mubakinyi bamaze gutahukana ibikombe vyose gusa akaba ata  mupira w’inzahabu (Ballon D’or) afise. Le meilleur joueur espagnol de tous les temps, Xavi Hernandez, annonce qu'il va prendre sa retraite professionnelle ⚽️ Une carrière exceptionnelle, où manque toutefois le ballon d'or 2010 qu'il aurait du gagner. J'attends déjà le Xavi entraineur #Maestro #Profe pic.twitter.com/Rq2VVbSFSx — Jean Pierre Etienne (@jpehaiti) May 3, 2019
Burundi: Imirwi Itatu Yakorotse Icicaro Muri Primus Ligue  Yagiye Ahabona.
Inyuma yaho umurwi nshingwa bikorwa (Comité Exécutif) mw’Ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi, FFB wihweje raporo y’igisata kijejwe amahiganwa. Umurwi nshingwa bikorwa waciye usohora urutonde rwanyuma rwa Primus Ligue Burundi.  Imirwi Itatu ariyo Atletico Olympic, Flambeau de l’Est na Messager Bujumbura niyo yakorotse icicaro iva muri Primus Ligue ija muri Ligue B.  Ivyo bika bije gushirwa ahabona mugihe hari hamaze iminsi hari ikibazo co kumenya hagati ya LLB, Flambeau De L’est na Athletico Olympic yanganya amota 33 hategerezwa kumenyekana  imirwi ibiri muriyo itatu yari kwifadikanya na Messager Bujumbura mugukoroka icicaro. Muri FFB nkuko tubisoma kuri Twitter yabo bamenyeshejeko impamvu zatumya Lydia Ludic iguma mu cicaro ca mbere hama Flambeau De l’Est na Athletico Olympic arizo ziherekeza Messager Bujumbura baza kuzimenyesha hanyuma. #Burundi Le Comité Exécutif de la @BurundiFF vient d'entériner le classement définitif de #PrimusLigue 2018/2019 après avoir analysé le rapport de la commission des compétitions.Les clubs Atletico, Flambeau de l'Est et Messager Bujumbura sont relégués en ligue B. pic.twitter.com/eZoXpAEE4E — F.F.B (@BurundiFF) May 4, 2019
Real Madrid : CR7 Yama Areshwa Ngo Agaruke i Madrid!
Chistiano Ronaldo w’imyaka 34 yagurishijwe na Real Madrid mû mwaka uheze yerekeza muri Juventus avugako atazokwibagira ivyo Madrid yamuhaye kandi ko urukundo rwiwe ruzoguma ruhari kuri uyo umurwi wa Los Blancos akavuga kandi ko aryohererwa n’amajambo yabakunzi buyo murwi bamusaba kugaruka.  « Madrid yamampaye ibikwiye kabisa vyogenda gute nkawibagira? Abanya Espagne banye bamfata neza. Nagiye muri Juventus bakinshaka kandi ndazi ko abanya Madrid bankunda. Barabizi ko nabahaye ibikombe vyose. Abantu barakunda kumbwira mw’ibarabara bakoma induru bansaba Kugaruka muhira, bamwirako ko i Madrid ari inzu yanje. Biraryohera iyo bambwiye ivyo ». Ivyo akaba yabishikirije mukiganiro yahaye  ICON, gikorana na  El Pais. NUbwo biruko Ronaldo ntazova muri Juventus agaruka muri Real Madrid nkuko aherutse kubishikiriza ko azokwigumira muri Juventus ibice 1000%100.
Barça : José Mourihno : « Leo Messi, Imana Y’umupira ».
Inyuma yo kuvyifatamwo neza murikino rw’igice ca kabiri gishira icanyuma muri Champions League mugutsindira umurwi wiwe wa FC Barcelone ibitsindo bibiri muri bitatu kubusa watsinze Liverpool. Lionel Messi yaremeje abantu batandukanye harimwo nabahora batamwemera nka José Mourihno aho uyo mumenyereza wa kera wa Real Madrid yashimye kwita  » Leo Messi Imana y’umupira wa Maguru ». Photo Credit: Diario Gol « Liverpool barakinye urukino rwiza, baritanze cane. Nibazako ari imirwi mike imaze kurusha Barça ivyo gutembereza umupira mukibuga (possession) muriyi myaka 20 iheze. Ariko Imana y’umupira (Leo Messi) niwe yabishe. Nivyo aba Blaugrana bafise umurwi mwiza, uhurikiyemwo abakinyi bibihangange ». The Special One akaba yabishikirije ivyo mukiganiro yahaye imboneshakure y’Abarusiya yitwa Today nkuko Maxifoot kivyandika”.
Barcelona: Ubutegetsi Bwa Catalan Buzoshimira Lionel Messi.
Urukundo Lionel Messi akundwa muri Catalogne  rurarengeye umupira wa maguru asanzwe akina. Uyu musore yavukiye i Rosario muri Argentine afatwa nk’umukinyi w’intara ribonye muri Catalogne kubera impano yiwe yahawe mugukina umupira hamwe n’ibikombe amaze gufasha FC Barcelone gutahukana. Bivanye nivyo vyose La Purga afatwa n’inkinki ikomeye cane. Umwe mubakinyi bitwara akarangamuntu kabanya Catalan. Uyo munya Argentine w’imyaka agiye guhabwa agashimwe kitwa : « Creu de Sant Jordi ». Ako n’agashimwe karengeye ivy’inkino gatangwa n’ubutegetsi bwa Catalogne gahabwa abantu bakoreye cane intara ya Catalogne.
Real Madrid Isabwa Kurekura Imiriyoni 140M€ ?
Mugihe Paul Pogba abandanya yipfuzwa n’umurwi wa Real Madrid wo muri Espagne umenyerezwa na Zinedine Zidane kugira ngo unagure urutonde rwayo mu mwaka uza. Umurwi wa Manchester United uyo mu Faransa asanzwe akinamwo bivurwako  ko wipfuza akayabo kamafaranga angana n’imiriyo 140 za manyaburaya kugira ngo umurekure. Ikinyamakuru Daily Mail co mu Bwongereza kivugako, Manchester United izosaba ayo mafaranga nyene muci riza kugira ngo irekure uyu mukinyi wakera wa Juventus. Paul Pogba akaba yaraguzwe na Manchester United muri 2016 imiriyoni 105M€ za manyaburaya.
Frenkie De Jong: « Siniteze Kuba Umukinyi Atangura Muri FC Barçelona ».
Umukinyi wohagati wa Ajax Amsterdam Frenkie De Jong ariko amaze kugurwa na FC Barcelona akazowukinira mu mwaka uza yamenyesheje ko atiteze kuzoba umukinyi atangura muri FC Barcelona umurwi wiwe mushasha. AMSTERDAM, NETHERLANDS – AUGUST 14: Frenkie de Jong of Ajax in action during the UEFA Champions League third round qualifying match between Ajax and Royal Standard de Liege at Johan Cruyff Arena on August 14, 2018 in Amsterdam, Netherlands. (Photo by Dean Mouhtaropoulos/Getty Images) « Siniteze kuzoba umukinyi atangura muri FC Barcelone ariko nzojayo n’igishika cinshi cane,  kandi zokora cane kugira ngo nzoronke ikibanza c’abakinyi 11 batangura.  Sindaronka n’inzu nzoshikiramwo ariko umukunzi wanje arakunda kuja mugisagara ca Barcelone kuronderayo utuntu ariko ubu turafise iciyumviro ariko ntituragishira mungiroco kuzobayo. Ubu ndiga iki Espagnol. Ururimi rw’abanyakatalonye rugomba gusa n’urwa banye Espagne ariko ubwambere mbaza kwiga  iki espagnol. »
Jurgen Klopp: « Camp Nou Si Urusengero ».
Imbere yuko umurwi wiwe wa Liverpool FC utana mu mitwe na FC Barcelona aho uzoba wakiriwe i Camp Nou murukino rwigice ca kabiri gishira icanyuma muri Champions League. Jurgen Klopp umumenyereza wa Liverpool FC yamenyesheje ko I Camp Nou ikibuga ca FC Barcelona atiri Urusengero ahubwo ko ari ikibuga c’Umupira wa maguru. FOX Sports Asia « Camp Nou n’ikibuga, kinini ariko si Urusengero rw’umupira wa maguru ». Akaba yishuye uko kukibazo yari yabajije n’ikinyamakuru DAZN. FC Barcelona ikaba iherutse kwandika kuri Twitter yabo berekana aka video kerekana ikibuga ca Camp Nou gaherekezwa naya majambo akurikira.  » Aha ni Camp Nou, Muhira Iwacu, Urusengero rwacu, Ikirindiro cacu « . https://twitter.com/FCBarcelona/status/1123150302318866433
#Burundi: Star Football Academy Yakiranye Umubabaro Udasanzwe Urupfu Rwa Papy Faty.
Mw’ikete ryashizwe ahabona kuri uyu wa gatanu n’Ishure ryigisha umupira w’amaguru rya Star Football Academy ryamenyesheje ko  ryakiranye umubabaro udasanzwe urupfu giturumbuka rwa Papy Faty umukinyi w’INTAMBA MURUGAMBA aherutse kw’itaba Imana kuri uyu wa kane ari mukibuga mu gihe umurwi wiwe wa Malanti Chiefs FC wo muri Eswatini wariko uratana mumitwe na Green Mamba. Uwusanzwe aserukira imbere y’amategeko Star Football Academy igizwe n’imirwi 12, John Clinton NSENGIYUMVA yamenyesheje ko Academy aserukira yifadikanije n’Igihugu c’Uburundi, Amakungu, Umuryango wabuze, umurwi Intamba Murugamba, Malanti Chiefs FC hamwe n’abakunzi b’umupira wa maguru muri rusangi kurupfu giturumbuka rw’incuti yabo mukundwa Papy FATY. Star Football Academy ryarangije muriryo kete rivugako ivyiyumviro vyaryo hamwe n’abakinyi bayo bifadikanije n’umuryango wabuze mu kwibuka ibihe vyizi bagiranye na nyakwigendera bakaba bamwipfurije kuruhuka muma mahoro.   Our prayers & thoughts are with the family of Papy Faty as we cherish his legacy & send our heartfelt condolences to his family, to the @FFB_Burundi Authorities, the Intamba mu Ruganda family, the Malanti Chiefs Club, and to the Worldwide Football Community. May he Rest In Peace. pic.twitter.com/2Tot8tPuGk — Star Football Academy ⚽️ (@SFABurundi) April 26, 2019
#Burundi: « Papy Faty Yari Umuhanuzi W’abakinyi ».
« Papy Faty yari umuhanuzi w’abakinyi b’Intamba Murugamba ». Ivyo nivyashikirijwe na Fiston Abdoul Razaq aho yariko arishura ikibazwa twabubajije kuvyaranze nyakwigendera Papy Faty. Fiston Abdou Razaq avugaka kandi ko nyakwigendera yari umukinyi atimama umupira mukibuga kandi ntashari yarafise kubijanye n’iterambere ryuwundi mukinye kiretse ko yaragwa n’akanyamuneza iyo abonye mugenziwe ateye  imbere.  « Yari umukinyi yahanura abandi. Hirya y’ejo twariko turavugana kuri WhatsApp kuvyerekeye ukuntu twaronse itike rya CAN yambwiye ko aryohewe cane kubona yaritabiye urukino rwaduhaye kuja muri Misiri. Jewe nkigikina muri Afrika y ‘epfo niwe yampanura».
#Burundi: Saido Berahino We Ntiyemera Ko Papy Faty Yitavye Umuremyi.
Umusatirizi w’Intamba Murugamba na Stoke City yo mu Bwongereza, Saido Berahino ntiyemera ko Papy Faty yitavye Umuremyi ariko agasabira ku Mana mugenziwe kuruhuka amahoro ivyo akaba yabicishije kurubuga rwiwe rwa Instagram.  « Sindavyemera gushika nubu. Ryari iteka gukinana nawe mu Ntamba no kuwuronsa itike kuncuro ya mbere mu mateka y’Uburundi muri CAN. Ntuzokwibagiranwa. Uruhuke mu mahoro ».
#Burundi: Ijambo Ryanyuma Rikomeye Cane Papy Faty Yabwiye Fiston Abdoul Razaq.
Umukinyi wo hagati w’Intmba Murugamba hamwe na Malanti Chiefs FC wo muri Eswatini, Papy Faty aherutse kwitaba Imana ku mugoroba wo kuri uyu wa kane ari mukibuga. Yambwiye Fiston Abdoul Razaq ko nubwo vyoshika agapfa canke agaheba ivyo gukina umupira nuko amaze gushitsa indoto yiwe yo gushikana Uburundi muri CAN. Papy Faty na Fiston Abdoul Razaq. « Yambwiye ati ubu rero nubwo noshaka nkapfa canke nkaheba ivyo gukina umupira ntangorane kuko maze gukorera ikintu gikomeye Igihugu canje. Raba rero ubu ntitukiri kumwe nawe”. Fiston Aboul Razaq umusatirizi w’Intamba na JS Kabylie akavugako ivyo aherutse kubimubwira ata minsi mike ihaciye. Fiston akaba yabivugiye  mukiganiro yahaye ikinyamakuru Magaratimes.
Sadio Mané Ngo Bazogerageza Gutsinda FC Barcelona.
Mugihe hasigaye indwi imwe gusa kugira ngo Liverpool yakirwe na FC Barcelona i Camp Nou mugice ca kane gishira icanyuma muri Champions League, Sadio Mané umunya Sénégal akinira Liverpool avugako bazogerageza gutsinda FC Barcelona nubwo ari umurwi ukomeye kuri iyi. « FC BARCELONE numwe mû mirwi myiza kuriyi isi ariko tuzogerageza tubatsinde ».  Ivyo vyandikwa n’ikinyamakuru La Vie Sénégalaise. Ni Mugihe Barcelona imaze inkino 30 idatsindirwa i Camp Nou.  Kw’itariki 1 Rusama uyu mwaka Liverpool izoba ifise igikorwa gikomeye.
Rwanda: Ibintu Bitatu Vyatumye Irambona Masudi Djuma Yirukanwa Muri AS Kigali!
Kuri uyu wa kabiri mu masaha y’ijoro niho vyaje gushirwa ahabona ko umurwi wa AS Kigali wirukanye umumenyereza w’Umurundi, Irambona Masudi Djuma batazira (Commandent). Hambavu yo kuba yagirizwa umwimbu udashemeye muri AS Kigali aho ubarizwa mukibanza c’indwi n’amanota 30. Amakuru dukesha ikinyamakuru Inyarwanda.com co kivugako hariho ibintu bitatu vyatumye AS Kigali yirukana Masudi Djuma.    Nshutiyamagara Ismael Kodo na Mateso Jean de Dieu nibo bahawe kubandanya bamenyereza ivyimfata kibanza AS Kigali.
Chistiano Ronaldo Junior Yatahukanye Agashimwe K’umusatirizi Yinjije Ibitsindo Vyinshi.
Mw’ihiganwa mpuzamakungu ry’imirwi yabakiri bato  ryariko ribera mu gihugu ca Portigal ariryo  « International Marítimo Centenário », Chistiano Ronaldo Junior umusatirizi wa Juventus U9 niwe yabaye umusatirizi wa mbere yinjije ibitsindo vyinshi mirongo ibiri na bitanu (25 buts) muriryo higanwa. photo credit: Maxifoot. Iryo higanwa ryari ryitabiriwe n’imirwi ishika kuri majana biri na cumi (210 équipes ) yabakiri bato hamwe n’abakinyi bashika ku bihumbi bitanu (5000 joueurs). Uyo musatirizi wa Juventus wabatarenza imyaka 9 akaba yaryoheye se wiwe Chistiano Ronaldo umusatirizi wa Juventus nkuko ibinyamakuru vyo muri Portugal bivyandika.
Uwahoze amenyereza TP Mazembe yahawe amabanga yo kumenyereza umugwi wa Al Ahly yo muri Misiri.
Nkuko vyari bimaze imisi bivugwa none ubu ntibikiri mu ntamatama  Patrice Carteron yahawe amabanga yo kumenyereza umugwi ukomeye cane wo mugihugu ca Misiri ndetse ufise amateka akomeye murico gihugu Al Ahly. Uyu mugabo w’umufaransa yahora amenyereza umugwi wo mucicaro ca kabiri mu gihugu ca Canada, Phoenix Rising, mwihiganwa rya  Union Soccer League yaciye ashima guhagarika amasezerano yiwe nuyo mugwi wo muri Canada aza gusinya imyaka 2 muri Al Ahly. Patrice Carteron amaze guca mu migwi myinshi ikomeye kuruno mugabane wa Afrika nka TP Mazembe na Wadi Degla  yo muri Misiri hari muri 2016. Uyu mumenyereza wa kera wa Mali afise igikorwa co kuduza igihagararo ca  Al Ahly mu gikombe ca Champions League yo muri Afrika aho uri mu bihe bitoroshe, akaba aje gusubirira Hossam El Badry yatanze imihoho muri Rusama.
Atletico Madrid kuzana Thomas Lemar, FC Barcelona yoba igiye kubura Antoine Griezman?
Thomas Lemar  muri AS Monaco Umugwi wa FC Barcelone kuva mu mwaka uheze wanye urondera umusatirizi w’umufaransa wa Atletico Madrid, Antoine Griezman. Mugihe FC Barcelona  yazanye Filippe Coutihno vyavurwa ko ariwe ashobora guhabwa inimero 7 ariko bashima kumuha inimero 14 ibinyamakuru bitandukanye vyo mugihugu ca Espagne bivugako inimero 7 ibikiwe Antoine Griezman ndetse no mubiganiro bitandukanye uwurongoye umugwi wa FC Barcelona Jose Maria Bartomeu yagiye abigaragaza ko FC Barcelona yipfuza abakinyi batandukanye bakomeye ariko yavuze ko azogira ico ashikiriza kubijanye nuwo mukinyi mu kwezi 7. FC Barcelona yoba igiye kubura uyo  mukinyi wa Atletico Madrid, Antoine Griezman ? Mu misi iheze Antoine Griezman yabwiye abayobozi b’umugwi wiwe nimba bipfuza ko aguma muruyo mugwi yabasavye ikintu kimwe gusa nuko Atletico Madrid wozana abakinyi ba 2 gusa nawe abone kuguma muruyo mugwi kuzana Djibril Sidibe (AS Monaco) na Thomas Lemar (AS Monaco) noneho igice civyo Griezman yabasavye Atletico Madrid imaze kubikora mukuzana Thomas Lemar 22 hasigaye ko izana Djibril Sidibe kugira ngo Griezman agume muruyo mugwi.                             Antoine Griezman na Thomas Lemar mu mugwi nserukira gihugu w’ubufaransa Mwomenyako igiciro kiri mu masezerano ya Antoine Griezman n’Atletico Madrid ari imiriyoni 100 z’amafranga ya manyaburaya ama (Euro).
Rayon Sports: Abakinyi ba 3 ba barundi bari mubateye umukono k’urupapuro rwo kwanka gukorana n’umumenyereza wuyu  mugwi w’igikundiro c’abanyarwanda.
Ifoto Inyarwanda.com Nkuko vyari bimaze imisi bivurwako hariho urutonde rw’abakinyi bateye umukono kw’ikete ryo kwerekana ko batipfuza kubandanya gukorana n’umumenyereza mukuru wuyo mugwi Ivan Minaert. Urutonde rwabo bakinyi 20 batipfuza gukorana nuyo mumenyereza bamenyekanye nkuko tubikesha ikinyamakuru Inyarwanda.com co mugihugu c’urwanda muri runo rutonde rw’abakinyi 20 bateye umukono kuri runo rupapuro dusangamwo abakinyi babarundi 3 bateye umukono  ni Kwizera Pierre Bimenyimana Bon fils Caleb na Shassir Nahimana. Ico kinya makuru nyene camenyesheje ko nubwo ababakinyi basinye runo rupapuro si kubushake bwabo basinyishijwe kunguvu ndetse bamwe muribo babwiye ico kinyamakuru ko bitabaye. Urutonde rw’abakinnyi batifuza gukorana n’umumenyereza mukuru wa Rayon Sports. Ifoto Inyarwanda.com Mwomenyako ibintu muri Rayon Sports vyaje kunyunyuka igihe batsindiwe n’umugwi wa Amagaju 2-1 iwabo ikigali gutyo biba biragabanije amahirwe ya Rayon Sports yo guhiganirwa igikombe ca shampiyona yo murico gihugu aho AS Kigali ifata ikibanza ca mbere n’amanota 51 APR ikaza mu ca kabiri n’amanota 50 mugihe Rayon Sports ifise amanota 44.
Makamba Football: Ikirangaminsi c’inkino z’icicaro ca 3 cashizwe ahabona.
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ryo mu ntara ya Makamba ryashize ahabona kuruyu wa kane itariki 07 Ruheshi 2018 ikirangaminsi c’inkino za mbere (Phase Aller) zo mucicaro ca 3  c’uyu mwaka w’inkino 2017-2018. Imigwi 10 niyo izo kwitabira izo nkino nayo ikaba ariyi ikurikira: Powers Boys Lagos St Fraternité Beach Boys Aigle Ramvya New Force Guepiers Ajax FC Tangura FC Butare City Inkino nazo zikaba zitegekanijwe kuzotangura itariki 9 Nyakanga 2018 Itariki 9 Ruheshi 2018. I Nyanza-Lac 13h00: Powers Boys vs Logos St I Nyanza –Lac 15h00: Fraternité vs Beach Boys Kiyange 14h00: Aigle Ramvya vs New Force Makamba 15h00: Guepiers vs Ajax FC Itariki 10 Ruheshi 2018. Kayogoro 15h00: Tangura vs Butare city Itariki 17 Ruheshi 2018. Nyanza-Lac 13h00: Powers Boys vs Fraternité Nyanza-Lac 15h00: Logos St Vs Beach Boys Mabanda 15h00: New Force vs Butare city Makamba 15h00: Aigle Ramvya vs Guepiers Kayogoro 15h00: Tangura FC vs Ajax FC Itariki 23 Ruheshi 2018. Nyanza-Lac 13h00: Beach Boys vs Powers Boys Nyanza-Lac 15h00: Fraternité vs Logos St Makamba 13h00: Ajax FC vs New Force Makamba 15h00: Guepiers vs Tangura FC Itariki 24 Ruheshi 2018. Kayogoro 15h00: Butare City vs Aigle Ramvya Itariki 30 Ruheshi 2018. Kiyange 15h00: Aigle Ramvya vs Ajax FC Mabanda 15h00: New Force vs Tangura FC Itariki 1 Mukakaro 2018. Kayogoro 15h00: Butare city vs Guepiers Itariki 8 Mukakaro 2018. Makamba 13h00: Guepiers vs New Force Makamba 15h00: Ajax FC vs Butare city Kayogoro 15h00: Tangura FC vs Aigle Ramvya. Mwomenyako mu mwaka uheze umugwi wa Guepiers ariwo waserukiye intara ya Makamba muri za nkino zo kurondera itike yo kuja mu cicaro ca 2 basezerewe n’umugwi wa Transport FC.
Menya imigwi 3 yipfuza Hussein Wello aherutse gusezerera Olympic Star.
Guhera iburyo Hussein Wello  na Ndikumana Magloire Uwahoze amenyereza umugwi wa Olympic Star, Nahimana Hussein Wello aherutse gusezerera umugwi wa Olympic Star aripfuzwa n’imigwi 3, muriyo migwi 2 iri mucicaro ca mbere uwundi nawo n’umugwi uheretse gukoroka icicaro. Amakuru dukesha abegereye uyu mugabo yahoze ari kizigenza wa Inter Stars atumeshako imigwi ya Musongati FC, Les Lierres FC na Inter Stars niyo migwi yipfuza Hussein Wello. Ayo makuru nyene akemeza ko Les Lierres na Inter Stars niyo migwi  ifise amahirwe menshi yo kuronka uyo mumenyereza kubera ko atipfuza kugaruka kumenyereza mu ntara hagati, imvo nuko ashaka gukorera hafi y’umuryango wiwe uri i Bujumbura ni mugihe Musongati FC ariyo mu ntara ya Gitega. Bivurwa kandi ko Inter Stars yipfuza guha umushahara mwiza ushobora gutuma Wello yemera kugaruka gufasha uwo mugwi yakinyemwo kera kuraba ko wogaruka mu cicero ca mbere. Reka dutere turaba iyo bija iyi dosiye tuzobandanya tuyikurikiranira hafi mu makuru yacu yo hanyuma.
Aigle Noir FC: Amazina akomeye y’ibihangange bagize uyu mugwi bashizwe kw’isoko.
Umugwi wa Aigle Noir FC y’i Makamba batazira   » THE FIGHTERS » washize ahabona urutonde rw’abakinyi babo bibihangange kw’isoko ryo kugurishwa muyindi migwi yoba ibipfuza. Umugwi uwariwo wose wipfuza abo bakinyi urashobora kuzokwegera abarongoye uyo mugwi kugira ngo bavugane n’abarongoye uyo mugwi igiciro bashobora kubarekurirako, nkuko tubisanga kurubuga ngurukana bumenyi bwa Facebook bwumwe mu barongozi ba Aigle Noir FC, Réverien Ndikuriyo. Mururwo rutonde yasohoye nkuko tubisanga kuri Facebook yiwe  yarugabuyemwo mu mice ibiri nabo akaba araba bakurikira: Umuce wa mbere: 1. SHAKA BIENVENUE
2. NDAYISHIMIYE YUSSUFU NYANGE
3. MURYANGO SHABANI MABANO
4. SOULEIMAN MOUSTAFA
5. MAVUGO CEDRIC
6. NDIKURIYO PATIENT Umuce ugira kabiri: 1. BIGIRIMANA RAMADAN
2. KAMANA ISMAELI
3. NDAYISENGA ELIPHAZ
4. MBAZIMUTIMA BABA
5. RUGONUMUGABO STEPHANE
6. BIZIMANA JOE
7. RUKUNDO TERENCE
8. NDIKUMANA JEAN ETANDO
9. NAHIMANA STEVEN Réverien Ndikuriyo yarangije amenyesha ko urutonde rwa bano bakinyi bakurikira amazina yabo musi bazoboneka kw’igenekerezo rya 20 Mukakaro inyuma y’urukino ruzohuza Intamba mu Rugamba U20 na Zambie. Nabo naba bakurikira: 1. SHAKA BIENVENUE
2. BIGIRIMANA RAMADAN
3. SOULEIMAN MOUSTAFA
4. KAMANA ISMAELI
5. MURYANGO SHABANI MABANO
6. MAVUGO CEDRIC
CECAFA – KAGAME CUP 2018: LLBS4A yisanze mw’itsinda rimwe na Rayon Sport yo mu Rwanda.
Igikombe ca CECAFA – KAGAME CUP 2018 gihuza imigwi yatahukanye amahiganwa yo mu bihugu iwabo yomukarere k’afurika y’ubuseruko  uno musi niho hagenwe amatsinda 3 agizwe n’imigwi 4 iryo higanwa uno mwaka rikazobera mugihugu ca Tanzania. Igihugu cacu kikazoserukirwa n’umugwi wa Lydia Ludic Sport 4Africa murayo mahiganwa aho wisanze uri mw’itsinda rimwe rya B n’umugwi wa Rayon Sport wo mugihugu c’urwanda uherutse kubasezerera mu mahiganwa y’afurika CAF y’imigwi yatwaye amahiganwa yo mubihugu iwabo (CAF Champions League) muriryo tsinda nyene dusangamwo kandi umugwi wa Gor Mahia wo muri Kenya hamwe n’umugwi wa Ports wo muri Djibouti. Iyindi migwi ikomeye kandi isanzwe ihangana yo mugihugu kimwe  yisanze mwitsinda rimwe rya C ni Simba hamwe na Yanga zo mugihugu ca Tanzania. Amatsinda 3 yose uku niko yagenywe: Itsinda A.                                           Azam (Tanzania) Uganda (Reps) JKU (Zanzibar) Kator FC (Sudan Sud)  Itsinda B.  Rayon Sport (Rwanda) Lydia Ludic (Burundi) Gor Mahia (Kenya) Ports (Djibouti)  Itsinda C.  Yanga (Tanzania) Simba (Tanzania) St George (Ethiopia) Dakadaha (Somalia) Mwomenyako iryo higarwa rya Cecafa Kagame Cup ritegekanijwe gutangura itariki 28 Ruheshi 2018 gushika 13 Mukakaro 2018 urukino rwo kwugurura izo nkino ni hagati ya JKU na Uganda reps.
Umumenyereza wa kera wa Muzinga FC yahawe amabanga yo kumenyereza Bugesera FC yo mu Rwanda.
Ifoto ya RuhagoYacu Inyuma yo gutandukana n’umugwi wa Espoir FC wo mu gihugu c’urwanda akongera akamara imisi itari mike atakazi yarafise, Jimmy Ndayizeye batazira “Giti” yahawe amabanga yo kumenyereza  umugwi wa Bugesera FC. Jimmy Ndayizeye yasubiriye umumenyereza Thierry Hitimana yari amazi amezi 3 amenyereza Bugesera FC ariko ata mwimbu mwiza yawugejejeko kuko mu nkino 5 Bugesera FC yakinye yatsinzwe inkino 4 aganya urukino 1 gutyo akaba arasubirijwe. Umunyamabanga mukuru w’umugwi wa Bugesera FC, Sam Karekezi nkuko yavyiganiye abagenzi bacu bikinyamakuru RuhagoYacu yemeje aya makuru ko bamaze kuzana Jimmy Ndayizeye ariko ikiringo azomara ntaco yamenyesheje ariko bategekanyako uyu mwaka w’inkino urangiye bazoraba aho azoba abagejeje nabo baheze  barabe ikibereye ko bashobora kuzomuha amasezerano aramba muruyo mugwi. Jimmy Ndayizeye n’umumenyereza w’umurundi amenyereye iryo higanwa  ryo murico gihugu kuko mu mwaka uheze yarafashije umugwi wa Espoir FC gushika murukino rwanyuma rw’igikombe citiriwe Amahoro co murico gihugu nyene, aho yatsinzwe na APR mururwo rukino rwanyuma. Muri Bugesera FC, Jimmy Ndayizeye ahasanzemwo abakinyi babarundi basanzwe bakinira uyo mugwi nka Styve Nzigamasabo na Emery Nimubona batazira “Kadogo” bose bakinira kera umugwi wa Vital’o FC.
Coupe du monde 2018: Menya amwe mumateka ashobora guhanagurwa mu gikombe c’isi yose cimirije 2018 mu gihugu c’uburusiya.
Just Fontaine umusatirizi wa kera w’ubufaransa igihe yinjije ibitsindo 13 mu gikombe c’isi 1958. Mugihe igikombe c’isi yose cimirije kwigenekerezo rya 14 Ruheshi 2018 naco kikazobera mu gihugu c’uburusiya, hariho amwe mumateka yagiye arandikishwa nabamwe mu bakinyi canke ibihugu bitandukanye kuburyo uno mwaka 2018 mu gikombe c’isi yose ashobora guhanagurwa canke ntahanagugwe bivanye n’uburemere bwayo mateka ibihugu canke abo bakinyi baba barandikishije. Amwe murayo mateka akaba araya akurikira: Brézil nico gihugu co nyene kimaze gutahukana ibikombe vy’isi yose incuro 5 (1958, 1962, 1970, 1994, 2002) aya mateka ntashobora guhanagurwa uno mwaka kiretse ko ashobora gushikwako n’igihugu c’ubudagi mugihe co tahukana kino gikombe kuko bobo bamaze kugitahukana incuro 4 (1954, 1974, 1990, 2014). Norman Whiteside niwe mukinyi yakinye igikombe c’isi yose afise imyaka mikeyi cane gusumba abandi, imyaka 17 n’imisi 42 yakinira Irlande du Nord. Essam El-Hadary umunyegori w’igihugu ca Misiri arashobora kuba umukinyi wa mbere akinye igikombe c’isi yose afise imyaka myishi 45 niyaramuka akinye urukino rumwe gusa azoca arusha umunyakolomboya  Farid Mondragon yakinye kino gikombe afise imyaka 43. Pelé umukinyi wa kera w’igihugu ca Brézil niwe mukinyi wenyene amaze gutwara ibikombe vy’isi yose incuro 3 arikumwe n’igihugu ciwe (1958, 1962, 1970) amateka atoshoboka ko ahanagurwa n’umukinyi uwariwe wese muruno mwaka 2018. Just Fontaine umukinyi wa kera w’igihugu c’ubufaransa niwe mukinyi wenyene yinjije ibitsindo vyinshi mu gikombe c’isi yose mu mwaka umwe ibitsindo 13 hari 1958 amatega gushika nubu biboneka ko bitoroshe kuzoyahanagura. Miroslav Klose umusatirizi wa kera w’igihugu c’ubudagi niwe amaze kwinjiza ibitsindo vyinshi mu bikombe vyisi yose yagiye arakina ibitsindo 16 akurikirwa na Ronaldo umunya Brézil yinjije ibitsindo 15 umukinyi umwe gusa biboneka ko afise amahirwa yo guhanagura ano mateka nahonyene mugihe yobandanya atsinda ni Thomas Muller umusatirizi w’ubudagi afise ibitsindo 10. Paolo Maldini umukinyi wa kera w’igihugu ca Italie amaze gukina iminota ishika kuri 2.220 mu bikombe vyisi yose bi biri yakinye muri 1990 hamwe no muri 2002. Hakan Sukur umunya turikiya niwe mukinyi afise amateka yo kwinjiza igitsindo hakiri kare gose mu masegonda 10, 8 hari mu gikombe c’isi yose co muri 2002 igihugu ciwe catana mu mitwe na Corée du Sud.
Delta Star ivyo basezeranye ko bipfuza kwurira indege babanje gukorera ibitangaza Olympic Star vyahabuye biba ukuri.
Umugwi wa Delta star ku kibuga urukundo ifoto ya Wilson KWIZERA Umugwi wa Delta star wanyagiye imvura y’ibitsindo 4-0  kuruyu w’imana umugwi wa Olympic star ku kibuga Urukundo mu ntara ya Ngozi mu rukino rw’igice ca kabiri gishira icanyuma mu gikombe citiriwe umukuru w’igihugu. Ibitsindo vya Jospin NSHIMIRIMANA, Valentin NSABIMANA hamwe n’ibindi bitsindo 2 vya Dusabe Olivier gutyo Olympic star irasezerewe mugihe aribo bari bafise kino gikombe citiriwe umukuru. Imbere yuko urwo rukino rutari bwakinwe kuruyu wa gatanu Umumenyereraza wa Delta Star, Amouri MANIRAKIZA yari yagabishije Olympic Star ko itoza yijajaye kandi ayisezerana ko mukuja murukino rwanyuma rwa finale ategerezwa kubagirira ibitangaza none vyabaye ukuri. Soma kandi: Delta Star ishaka kuzokwurira indege ibanje gutangaza Olympic star mu gikombe citiriwe umukuru w’igihugu. Delta Star ihambije umugwi wa Vital’o FC mu rukino rwanyuma rwa finale ya kino gikombe citiriwe umukuru w’igihugu ni mugihe Vital’o FC kuruyu wa gatandatu ku kibuga Umuco wari watsinze BS Dynamik ibitsindo 2-1. Delta Star rero ibaye incuro yabo yambere igeze mu rukino rwanyuma rwa kino gikombe kandi niwo mugwi wa mbere ukorotse icicro ugeze muri finale y’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu, mugihe Vital’o FC ari kuncuro yabo igira ga 3 bageze muri finale ya kino gikombe. Urukino rwanyuma rero rutegekanijwe itariki 23 Ruheshi 2018 ku kibuga Ingoma mu ntara ya Gitega. Mwomenyako umugwi uzotwara ico gikombe uzoca userukira uburundi muri ca gikombe ca coupe de la conféderation.
Messager Ngozi FC ntigura abakinyi bava muyindi migwi ariko bararamurira iyindi migwi.
Mugihe imigwi iba igeze murwego rwo guserukira igihugu munkino mpuzamakungu z’imigwi yatwaye amahiganwa yiwabo ico twita CAF Champions League ko ica yongereza abandi bakinyi bashasha ndetse bigashika ko bagura n’abakinyi batamenyere mumahiganwa uyo mugwi usanzwe uturukanwo kugira ngo umugwi witegurire izonkino neza gusumba muriryo higanwa rya CAF Champions Leagye, ariko kubwa Messager Ngozi suko bimeze kuko bobo mu migambi bafise niyo kwongereza vyukuri inguvu uyo mugwi ariko atari kugura abakinyi bava hanze y’Academie Le Messager FC, kubwurongoye umugwi wa Le Messager Ngozi MANIRAKIZA Marc Pochen yagize ati « Nivyo ko mu migambi dufise ariyo kwongereza inguvu umugwi wacu kugira ngo uzoserukire igihugu cacu c’uburundi neza cane ariko Messager ntigura abakinyi bava muyindi migwi ahubwo ko turaramurira iyindi migwi.» ivyo  yabishikirije  kuruyu wa gatanu mukiganiro yaduhaye muri Zion Beach. Mwomenyako umugwi wa Le Messager Ngozi FC ariwo watwaye igikombe ca Primus Ligue Burundi c’umwaka 2017-2018 ukaba uzoduserukira mugikombe c’imigwi yatwaye ibikombe vyamahiganwa yo mubihugu iwabo muri Afrika ico twita CAF Champions League ukaba umaze kuvyumva ko utazogura abakinyi bava muyindi migwi kiretse muri Academy Messager. Tubibutse ko  Messager Ngozi  imaze kuramurira iyindi migwi yo hanze ahanini nka Zesco United yo mugihugu ca Zambiya, yaguze NSABUMUKAMA Enock na NTIBAHEZWA Diéudonne tutibagiye MIZERO Don Parfait batazira Drogba yahoze akinira umugwi wa Meesager Ngozi nawe ari muri Zambiya.

Delta Star ishaka kuzokwurira indege ibanje gutangaza Olympic star mu gikombe citiriwe umukuru w’igihugu.
Umugwi wa Delta Star  Mugihe hasigaye umusi umwe gusa kugira ngo Delta Star na Olympic Star bihurire mugice ca kabiri gishira icanyuma mu gikombe citiriwe umukuru w’igihugu, urukino rutegekanijwe kuruyu w’imana mu ntara ya Ngozi ku kibuga Urukundo Stadium, Delta Star ishaka kuzotahukana kino gikombe kande yurire indege mu kuzoserukira uburundi muri coupe de la confederation ariko ubanje gutangaza umugwi wa Olympic Star mururwo rukino bazota mu mitwa. Dushaka ko Olympic Star itangara ku musi w’imana kandi dushaka ko igikombe coza muri Delta Star ayo niyo majambo yashikirijwe na Amouri MANIRAKIZA amenyereza umugwi wa Delta star Ndetse yatanze n’ubundi butumwa bukomeye cane kuri Olympic star aho yagize kandi ati Olympic Star ntiyoza yijajaye kuko benshi bavuga ko badutsinze ibitsindo 7, bitatu,bine, bitanu championnat yaraheze ubu ni coupe du president nanje nkeneye ko abakinyi banje burira indege ivyo akaba yarabishikirije kuruyu wa gatanu muri Zion Beach muri vya birori vyari biteguwe na FFB vyo guha ubushimwe abakinyi n’abamenyereza bavyigenjeje neza gusumba abandi muri Primus Ligue. Amouri Manirakiza yamenyesheje kandi ko biteguriye neza cane urwo rukino kandi bizera ko bazovyitwaramwo neza.   Umviriza kandi Amouri MANIRAKIZA uko yiyemeye cane ko bategerezwa gukora ibitanga kuri Olympic Star kuri Interview yiwe aha musi
FFB: Réverien NDIKURIYO hambavu ya Aigle Noir hariho uwundi mugwi wahano iwacu akunda cane kandi sibinyegezwa.
Iburyo ni Réverien NDIKURIYO hamwe n’uwurongoye Messager Ngozi Pochen Mugihe benshi bama bibaza ko ata wundi mugwi umuntu ashobora gukunda mugihe yoba ayoboye umugwi kanaka canke urwego kanaka ariko siko bimeze kuri Réverien Ndikuriyo arongoye ishiramwe ry’umupira wa maguru mu Burundi FFB, mugihe benshi bazi ko akunda Aigle Noir The Fighters, kuri siwo mugwi wonyene akunda gusa hariho n’uwundi mugwi yikundira atari Aigle Noir wa hano iwacu akunda. Jewe ko nari umufana wa Vital’o erega jewe nari umu Vital’o mu misi iheze sikubera ko ndi Aigle Noir no je nari Vital’o ivyo si ibintu vyo kunyegeza kandi nubu ntikarahera havuye Aigle Noir ncamba Vital’o sinanka abandi ariko ni mambo ya zamani (ibintu vya kera) Ivyo navyo akaba yarabishikirije mw’ijambo ryiwe hari kuruyu wa gatanu muri Zion Beach mugihe hariko haratangwa ubushimwe ku bakinyi n’abamenyereza bigenjeje neza gusumba abandi muri Primus Ligue Burundi ico bise Soirée de Gala. Urashobora kw’umviriza kandi Interview ya Réverien NDIKURIYO avyivugara ko akunda Vital’o FC
FFB: Réverien NDIKURIYO ati kera agikina umupira ntiyiyita Neymar canke Messi none yiyita gute?
Réverien NDIKURIYO arikumwe na Djuma Mossi Uwurongoye ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi FFB, Réverien Ndikuriyo ati kera agikina umupira wa maguru ari mu mashure y’intango (Primaire) ntabwo yiyita amazina y’abakinyi babanyaburaya nka kumwe abubu babikora ati we yiyita izina ry’umukinyi wa hano iwacu nyene. Réverien NDIKURIYO yagize ati  jewe kera nkikina umupira, narakinye gato narakinye agapira ndi muri primaire mugabo jewe siniyita abanyaburaya, jewe sinitwa Neymar sinitwa Messi, jewe nitwa Okoko, kandi Okoko naramusavye kuza abe umukoca w’ikipe yanje ariko ari mu Rwanda. Sinitwa abanyaburaya ahubwo n’ukurondera izina umukinyi ushobora kwiyita, ariko sindumva umukinyi yiyita Malik Jabil nuko abo bakinyi bavutse vuba ata ma video yabo bakinyi ahari, niyo ngorane twagize mukahise ku mupira wacu kuko bakinye neza ariko nta ma archives ahari. Jewe ndazi abantu biyita sinzi ngo Tchaka….. Shaka sinzi ngo yiyita Deco hariho amazina abakinyi biyita, harya ntibaba biyita ayo mazina iyo Buyi Jean Marié yari kuba ari harya Ivyo akaba yabishikirije mu ntumbero yo gukebura abakinyi bo muriyi myaka bama biyita amazi ya banyaburaya mugihe abiwacu nabo bakoze vyiza birashimwa. Ivyo rero akaba yabishikirije kuruyu wa gatanu mu nyubako z’ihoteri Zion Beach igihe hariko haratangwa ubushimwe ku bakinyi bigenjeje neza gusumba abandi muri Primus Ligue y’umwaka wa 2017-2018. Urashobora kumviriza Interview yiwe ngiyi ngaha musi.
Primus Ligue: Urutonde rw’abakinyi 11 baranze ihiganwa ry’umwaka 2017-2018 hamwe n’ubushimwe bagiye bararonka.
Urutonde rw’abakinyi 11 baranze Primus Ligue barikumwe na Djuma Mossi   Kuruyu wa gatanu ku mugoroba mu nyubakwo z’ihoteri Zion  Beach mu birori vyiswe Soirée de Gala, niho habereye ibirori vyo guha ubushimwe abakinyi bingejeje neza gusumba abandi muri Primus Ligue ry’umwaka 2017-2018, abashimiwe n’abakinyi 11 bigejeje neza gusumba abandi ico twita Equipe type. Umukinyi wa kera wa Vital’o Fc hamwe n’umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba, Djuma Mossi niwe yahawe iteka ryoguha ako gashimwe abo bakinyi bari batowe ngo bahambwe ako gashimwe, abo nabo akaba ari banokurikira batowe bivanye nikibanza basanzwe bakinamwo. Mw’igori: Jonathan NAHIMANA (Vital’o FC) Abakinyi binyuma: NDAYE Chancel (LLB-S4A) iburyo, BIGIRIMANA Ramadhan (Aigle Noir) ibubamfu, NDIZEYE Samuel (Vital’o Fc) hagati, NDORIYOBIJA Eric (LLB-S4A) hagati. Abakinyi bakina hagati mu kibuga: MURYANGO Mabano (Aigle Noir) URASENGA Cedrick Danny Kagabo (Messager Ngozi FC).  Abakinyi bohagati ariko kuruhande: NDIZEYE Thomson Seif (LLB-S4A), Iddy Museremu (Messager Ngozi FC). Abasatirizi: Slim Saidi (Olympic Star) na SHAKA Bienvenue (Aigle Noir) Umumenyereza wabo akaba ari Jean Jacque Eydelie wa Messager Ngozi ku mukenyuro wa 4-4-2. Abo bakinyi rero umwumwe wese akaba yahawe agashimwe kagakombe gato. Ni mugihe umukinyi yatsindiye agashimwe k’ukinyi yaranze rino higanwa rya Primus Ligue ari URASENGA Cedrik Danny Kagabo wa Messager Ngozi FC yaciye ahabwa igikombe hamwe n’umuriyoni wa mafaranga ya marundi (1.000.000 FBU), SHAKA Bienvenue wa Aigle Noir ahabwa agashimwe kuwatsinze ibitsindo vyinshi kuruta abandi aronswa umuriyoni nawenyene (1.000.000 FBU), HAKIZIMANA Hamim wa Inter Star ahabwa agashimwe ku mukinyi yaranze ihiganwa akiri muto aronswa ibihumbi amajana atanu (500.000 FBU) hama Jean Jacque Eydelie wa Messager Ngozi atorwa nk’umumenyereza yasumbije abandi ahabwa umuriyoni wa mafaranga ya marundi  (1.000.000 FBU).
Ibihuha vy’igura n’igurishwa ry’abakinyi ku mugabane wa buraya vyo kuruyu wa mbere.
Arsenal iripfuza umukinyi wa FC  Séville, Javier Pastore muri Roma, Manchester United yiteguriye guha Chelsea ibifaranga vyinshi ku mukinyi wayo, Chelsea nayo ntibikunda ko ironga myugariro wa Napoli.                                                                                  Footmercato Umugwi wa Arsenal umenyerezwa na Unai Emery uripfuza umukinyi wo hagati wa FC Séville, Steven Nzonzi 29 asanzwe arikumwe n’igihugu ciwe c’ubufaransa mu gikombe c’isi yose uyo mukinyi akaba yipfuzwa cane n’umumenyereza yigeze kumumenyereza kera muri FC Séville, Unai Emery hari muri 2015-2016 (Daily Express). Javier Pastore 28 umukinyi wa PSG ngo yoba amaze kumvikana na AS Roma ko yomugura aho bivurwa ko ashobora gusinya amasezenano y’imyaka 4 hamwe n’umushahara uri hagati y’imiriyoni 3,5 na 4 ku mwaka. ikinyamakuru Gazzetta dello Sport, kimenyesha ko AS Roma itegekanya gutanga imiriyoni 15 za manyaburaya hamwe n’akaganuke k’imiriyoni 3 kuri PSG kugira ngo yemere kurekura uyo munya Argentine yakiniye kera umugwi wa Palerme. Biravurwa kandi ko na West Ham imwipfuza Manchester United iriko iritegurira gutanga imiriyoni 60£ k’umukinyi wa Chelsea Willian yipfuzwa cane na José Mourihno. (Dail Mail). Kalidou Koulibaly myugariro wa Napoli umunyasénegal yipfuzwa na Chelsea ngo ntari kw’isoko nkuko vya menyeshejwe n’uwurongoye umugwi wa Napoli Aurelio De Laurentiis. (Daily Express).
Amars Niyongabo, ari kw’isoko ariko atari k’umugwi uwariwo wose.
Amars Akbar Niyongabo umwe mu bamenyereza ba barundi basanzwe bamenyereza akenshi imigwi yo mukarere, mu misi y’inyuma ya menyereza umugwi wa Stand United mu gihugu ca Tanzania ariko amasezerano yiwe nuyo mugwi akaba amaze kurangirana nuno mwaka, aho yasinye umwaka umwe gusa.  Muri kano kanya Amars ngo ari kw’isoko ariko nuko atoshobora kwemera kuja mu mugwi uwariwo wese.  Ifoto y’ikinyamakuru Akeza net Amars Niyongabo ati:  «Muri Tanzania nasinye amasezerano y’umwaka umwe gusa, ariko nibashaka ko twongereza amasezerano tuzobivugana ariko nibazoko dushobora kuja nahandi kubera ko imiryango yuguruye. Imigwi ni myinshi cane imaze kundondera ariko umuntu uraraba naho uja, ivyo uzokorayo n’ico uzokurayo hamwe nico uzokurayo wewe».  ivyo akaba yarabishikirije kuruyu wa gatandatu aho yaraje kuraba urukino rwa kivandimwe rwariko ruhuza umugwi w’intamba mu rugamba za bakuze n’izabatarenza imyaka 20. Umviriza Interview yaduhaye tumubaza ibibazo bindukanye. Tubibutse ko Amars Niyongabo amaze guca mu migwi iandukanye hano iwacu nka, Prince Louis, Inter Stars, LLBS4A, Athletico Olympique, Buja City, mugihe mukarere amaze ku menyereza imigwi nka Gor mahia muri Kenya, ASAS Djibouti Telecom muri Djibouti, aca kandi mu mugwi nserukira gihugu wa Harambe Stars wa Kenya aho yamenyereje nk’icegera muruyo mugwi.
Nduwarugira Christophe Lucio kuguma muri Uniao da madeira yo muri Portugal bizogorana.
Umukinyi w’umurundi asanzwe akina inyuma kuruhande rwo kuzibira mu mugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba, akaba akinira kandi umugwi uniao da madeira uri mucicaro ca kabiri mu gihugu ca Portugal, Nduwarugira Christophe batazira  »Lucio » ngo kuguma mu muri  Uniao da maderira  bizogorana kuko arahandi yipfuza kwungururiza ariko atari gusubira ku mugambane wa Afrika ahubwo gutera imbere. Nduwarugrira Christophe ati: « Inyishu yuko nzoguma muri Uniao da madeira sino yiguha ubunyene ariko birashoboka ko muwundi mwaka nshobora kurondera uwundi mugwi ariko sinibaza ko nshobora gusubira muri Uniao da madeira. Sinipfuza kugaruka ku mugabane wa afrika kubera ko maze gushika ku mugabane wa buraya, ntushobora kwiyumvira gusubira inyuma ahubwo gutera imbere nico gituma nibaza ko nzoguma ku mugabane wa buraya »  Ivyo vyashikirijwe na Nduwarugira Christophe umukinyi wa kera wa LLB4A. Interview twagiranye na Lucio urashobora kuyumviriza ngaha aho yagiye ashikiriza ibintu bitandukanye.
Intamba mu rugamba U-20 s’umugwi ushobora kujugumira imbere ya Zambia.
Umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba za batarenza imyaka 20, S’umugwi ushobora kujugumira imbere ya Zambia kandi ngo ntabwoba ziterwa n’igihugu ca Zambiya za batarenza imyaka 20 mu rukino rwimirije kubahuza nico gihugu mu ntumbero yo kurondera itike za CAN 2019 zizobera mu gihugu ca Niger. Ivyo bishikirizwa na Joslin Bipfubusa asanzwe amenyereza intamba mu rugamba U-20 yabishikirije kuruyu wa gatandatu ku kibuga co mukigo kijejwe ubuhinga (CTN) inyuma yo gutsindwa n’intamba mu rugamba za bakuze 2-0 aho yagize ati: «Oya abahungu banje ntabwoba bafise ndavye ukuntu bakinye uno munsi, kandi maze kuronka amakuru menshi ya Zambiya ukuntu bakina, kuko ndafise inkino zabo zi 2 bakinye n’igigugu c’urwanda, vyarampaye icigwa ukuntu nshobora gukina nabo. Guhamaga Ntigwaza Sudi canke Brandon Chebby sivyo vyerekana ko dufise ubwoba kuko n’abana ibibaranga vyererekana ko bashobobora gukina muri U-20, umwana wese ari ngaha canke ari hanze abishoboye turamuhamagara, ntavyubwoba burimwo kuko twarashoboye gukuramwo Ethiopia na Soudan, uburundi rero s’umugwi mutoyi ushobora kujugumira imbere ya Zambiya». Soma kandi: Ici nico Intamba mu rugamba za bakuze zarushije izabatarenza imyaka 20. Mwomenyako Intamba mu rugamba za batarenza imyaka 20 zizobandanya zitegurira ico gihugu mu gukina inkino zitarinke za kivandimwe n’intamba mu rugamba z’abakuze. Umviriza kandi Joslin Bipfubusa kuri Interview twagiranye aha musi
Bradon Chebby afise vyinshi yavukanye kandi ko afise akazoza gakomeye.
Joslin Bipfubusa ati « N’umwana akiri muto kandi afise akazoza, kuko urabona ko afise ibintu vyinshi yavukanye, arafise inguvu, ubunyarutsi n’ubuhinga, igisigaye nuko akorera kurugero rw’abandi bakinyi, urabona ko dufise abakinyi bamenyereye amahiganwa yo mucicaro ca mbere ariko we ryoba ari ihiganwa ryiwe rya mbere aje gukinamwo kandi agakina n’abantu bamenyereye amahiganwa birashobora kuba vyamugoye gato ariko aronse umwanya ukwiye tukamutegura arashobora kuba umukinyi mwiza wo muri kazoza. Bamwakiriye neza (Bradon) kuko abakinyi nubwo baba badasangiye ururimi ariko baragerageza kwumvikana, twamwakiriye neza nawene ariyumwa ko ari mu bandi ». Ivyo akaba yarabishikirije kuruyu wa gatandatu inyuma y’urukino rwa bahijije n’intamba za bakuze.    Interview ya Joslin Bipfubusa kuri Brandon Chebby umviriza aha musi Mwomenyako Bradon Chebby ari kuncuro yiwe ya mbere aje gukirira umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba za batarenza imyaka 20.
Ici nico Intamba mu rugamba za bakuze zarushije izabatarenza imyaka 20.
Murukino rwa kivandimwe Intamba mu rugamba za bakuze batsinze 2-0 izabatarenza imyaka 20, hari kuruyu wa gatandatu ku kibuga c’ikigo kijejwe ubuhinga (CTN) kiri muri zone Ngangara mu gisagara ca Bujumbura, ibitsindo bikaba vyinjijwe na Olivier Bayizera na Shassir Nahimana kuri penalty. Uburambe no kumenyera amahiganwa nico intamba mu rugamba za bakuze barushije izabatarenza imyaka 20 nkuko vyashikirijwe na Joslin Bipfubusa asanzwe ari umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba U-20. «Turashimira imana kubona twatanguye neza urukino kandi tururangiza neza ata numwe yakomeretse, kubijanye n’ukuntu twatsindanye nuko umugwi wabakuze washoboye kuronka ibitsindo 2 kubera ko warufise abahungu imbere bafise ukumenyera amahiganwa kandi basanzwe bakina mu mahiganwa akomakomeye. Twebwe twaronse uburyo bwo gutsinda ariko abasatirizi bacu nivyo nibeza ariko bataramenyera niyo mpamvu twaronse uburyo bwinshi bwo kwinjiza ariko tubasha kudatsinda igitsindo nakimwe». Ivyo nivyo vyashikirijwe na Joslin Bipfubusa umumenyereza wa kera wa Messager Ngozi. Mwomenyako Intamba mu rugamba za batarenza imyaka 20 ziriko ziritegurira urukino ruzobahuza na Zambia mu ntumbero yo kurondera itike zo kuja mu gikombe ca Africa CAN za batarenza imyaka 20 zizobera muri Niger 2019. Urashobora kandi kumviriza Joslin Bipfubusa kuri Interview twagiranye nawe.
Urutonde rw’abakinyi batanguye mu kibuga kuruhande rw’intamba mu rugamba zose.
Murukino rwa kivandimwe hagati y’intamba mu rugamba za bakuze n’izabatarenza imyaka 20 ruriko rubera kukibuga c’ikigo kijejwe ubuhinga (CTN) muri Zone Ngagara muri komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura.
Intamba mu rugamba Senior Kuruhande rw’intmba z’abakuze Alain Olivier Niyungeko Mutombora yatanguje aba bakurikira: Intamba mu Rugamba yabakuze: Jonathan Nahimana, Mubango Trésor, Ndizeye Samuel, Hakizimana Vianney, Nduwarugira Christophe (C), Urasenga Cedrick Danny Kagabo, Shassir Nahimana, Mvuyekure Emmanuel, Iddy Museremu, Alexis Kitenge, Amissi Cedrick. Mugihe kuruhande rw’intamba za batarenza imyaka 20 Joslin Bipfubusa yatanguje aba bakurikira:                                                             Intamba mu rugamba U-20 Intamba mu Rugamba U-20 : Rukundo Onésime, Souleiman Mustapha (C) , Ndoriyobija Eric, Ndaye Chancel, Bigirimana Ramadhan, Mabano Shaban, Mbirizi Eric, Ntigwaza Sudi, Akanakimana Bienvenue, Bradon Chebby, Shaka Bienvenue.
David De Gea agiye guhakanira Real Madrid muri buno buryo.
Umunyegori wa Manchester United, David De Gea imyaka 27 inkino 37 muri Premier League, arashobora kwongereza amasezerano yo kuguma muruno mugwi wa Mashetani atukura muri rino ci. Nkuko bivurwa n’ikinyamakuru Manchester Evening News, Umunyegori w’umunya Espagne amaze kwumvikana n’abarongoye  Manchester United ko yokwongereza amasezerano Y’imyaka 5 yo mugumiza umwanya muremure cane muri Manchester United. Soma Kandi: Real Madrid, Keylor Navas asohoka, Alisson Becker yinjira? David De Gea yaronderwa cane n’umugwi wa Real Madrid, mugihe uyu mugwi biboneka ko ubu utakiraba cane uyo munyegori wa Manchester United ariko ko imaze kuraba uwundi munyegori wa AS Roma, Alisson Becker.
Amateka ateye ubwoba yandikishijwe na Cristiano Ronaldo mu gikombe c’isi yose.
Kizigenza wa Portugal, Cristiano Ronaldo ku musi w’ejo murukino rwahujije igihugu ciwe Portugal na Espagne aho banganije 3-3, CR7 wenyene yarinjije ibitsindo 3 (Hat-Trick) ivyatumye yandikisha amwe mu mateka akomeye cane mu kahise ka kino gikombe. Aya namwe murayo mateka yaraye yandikishije ku musi w ‘ejo nico gihangange, Cristiano Ronaldo afise imipira y’inzahabu 5 (Ballon d’or): -Cristiano Ronaldo ku myaka 33 n’iminsi 130 abaye umukinyi wa mbere afise imyaka myishi gusumba abandi yinjije ibitsindo 3 (Hat-trick) Mu gikombe c’isi yose (World Cup). -Cristiano Ronaldo yatsinze ibitsindo 3, Hat-trick igira 51 kuva angitangura gukina umupira wa maguru ndetse niwe yinjije Hat-trick ya 51 y’igikombe c’isi yose. -Cristiano Ronaldo abaye umukinyi agira 4 atsinze igitsindo mu mahiganwa y’ibikombe vy’isi yose bine (4) atandukanye. Abandi bamaze kubikora (Péle, Miroslav Klose hamwe na Uwe Seeler). -Cristiano Ronaldo abaye umukinyi wa mbere mu kahise atsinze yikurikiranya mu mahiganwa 8 atandukanye nka (World Cup, European Championships, Copa America).
FC Barcelona yipfuza umukinyi wo hagati wa Manchester City kuza gusubirira Andrés Iniesta.
Mugihe Andrés Iniesta yamaze gutandukanya na FC Barcelona ashima kwigira mu buyapani mu mugwi Visel Kobe. FC Barcelona iriko iripfuza umukinyi wo hagati wa Manchester City Ilkay Gundogan 27 inkino 48 zose yakinye muruno mwaka, atsinda 6. Nkuko tubikesha ikinyamakuru The Sun. Ilkay Gundogan umudagi, umukinyi wa kera wa Dortmund, asanzwe atanguzwa akatari gake mukibuga na Pep Guardiola muri Manchester City niwe mukinyi FC Barcelona yashize kumurongo wa mbere w’abakinyi bipfuzwa nuyo mugwi. The Sun ibandanya imenyesha ko Manchester City nayo nyene muguhagarika imigambi ya FC Barcelona nuko bashaka kwongereza amasezerano uyo mukinyi gushika 2020 kugira ngo igiciro ciwe kiduge kije ku miriyoni 55 za manyaburaya gutyo birashobora gutuma FC Barcelona ireka kumurondera.
Cristiano Ronaldo na Sergio Ramos murutonde rw’abakinyi bazagutangura mukibuga.
Inkino z’igikombe c’isi yose zirabandanya uno musi inyuma yo gutandura kuruyu wa kane itariki 14, mw’itsinda rya B naryo nyene riraza kwinjira mundwi yaryo ya mbere aho Portugal izagutana mu mitwe na Espagne igihe c’isaha 20h00, Kuruhande rwa Portugal iza kuba yinjira mukibuga ifise kizigenza wayo Cristiano Ronaldo mugihe kuruhande rwa Espagne nayo nyene iza gukoroka mukibuga ifise Sergio Ramos kizigenza wa La Roja. Umumenyereza w’igihugu ca Portugal, Fernando Santos biboneka ko ashobora gukenyura umukenyuro wa 4-4-2 aho kuruhande rw’ubusatirizi umusore Guedes ashobora gufadikanya na Cristiano Ronaldo, mugihe kuruhande rwa Espagne nayo irikumwe na Fernando Hierro yasubiriye Julen Lopetegui biboneka ko ataco yohindura mu mukenyuro Espagne isanzwe ikina wa 4-3-3, aho Nacho Fernandez ashobora gutangura kuruhande rw’iburyo inyuma mugihe Dani Carvajal atarakira neza. Portugal : Patricio – Cedric, Pepe, Fonte, Guerreiro – B. Silva, Moutinho, Carvalho, J. Mario – Guedes, Ronaldo (c). Espagne : De Gea – Nacho, Piqué, Ramos (c), Alba – Koke, Busquets, Iniesta – D. Silva, Costa, Isco.
Abakinyi 4 Manchester City igiye gukurikirana hafi mugikombe c’isi yose.
Manchester City bigina itsinzi y’igikombe ca Carabao Cup Umugwi wa Manchester City watwaye igikombe ca Premier Legue co mu mwaka uheze,  ngo nubwo batwaye ico gikombe nuko muruno mwaka batipfuza kugura abakinyi benshi nkuko babikoze mu mwaka uheze. Uyu mugwi umenyerezwa na Pep Guardiola umaze gushira ahabona ko ugiye gukurikiranira hafi  abakinyi 4 mu gikombe c’isi yose, bamwe murabo bakinyi dusangamwo umwe wo muri Real Madrid, Mateo Kovacic asanzwe ari mu gikombe c’isi yose n’umugwi wiwe wa Croatia, Thiago Alcantara umukinyi wa Bayern Munich we asanzwe arikumwe na Espange. Soma Kandi: Amazina y’abakinyi 12 Arsenal igiye gukurikiranira hafi mu gikombe c’isi yose. Aya niyo mazina 4 yobo bakinyi Manchester City igiye gukurikiranira hafi : Thiago Alcantara – (Spain) uyu nawe yipfuzwa kugira aze afashe David Silva imyaka isa n’iriko iramujana. Mateo Kovacic  (Croatia) uyu we Manchester City imurwanira na Tottenham nayo imwipfuza. Douglas Costa  (Brazil) uyu mukinyi bamurwanira na Juventus, PSG hamwe na Manchester United nayo imwipfuza. Johan Mojica  (Colombia)
Amazina y’abakinyi 12 Arsenal igiye gukurikiranira hafi mu gikombe c’isi yose.
Kuva aho ashikiye mu mugwi wa Arsenal aje gusubirira Arsène Wenger, Amery Unai amaze kuzana umukinyi umwe muruyo mugwi, Stephan Lichtsteiner amukuye muri Juventus, uyu mugabo w’umunya Espagne Emery Unai yipfuza kwubaka gushasha  Arsenal ndetse urutonde rw’abakinyi 12 basanzwe bari mu gikombe c’isi yose mu gihugu c’uburusiya bari kumwe n’imigwi yabo nserukira gihugu nibo Arsenal yipfuza kubakurikiranira hafi kugira ngo ibazane muruyo mugwi inyuma y’igikombe c’isi yose abo nabo naba:
Kylian Mbappé yanyeguruye izina ry’umumenyereza yamye arota ko amumenyereza kuva akiri muto.
Umusatirizi w’umufaransa asanzwe akinira umugwi wa Paris St Germain yo mugihugu c’ubufaransa Kylian Mbappé imyaka 19 inkino 27 ibitsindo 13 muri Ligue1 ngo mu bizima bwiwe ntiyigeze amenya abamenyereza benshi. mukiganiro yahaye Tableau de C8, uyo mukinyi wa kera wa AS Monaco Kylian Mbappé yanyeguruye umwe mu bamenyereza yamye arota kuva kere kumumenyereza. Murico kiganiro yahaye Tableau de C8, Kylian Mbappé yavuzeko umumenyereza wa kera wa Arsenal, Arsène Wenger niwe yakunda kuva kera akiri muto.
Real Madrid, Keylor Navas asohoka, Alisson Becker yinjira?
Amakuru dukesha ikinyamakuru co mugihugu ca Espagne Mundo Deportivo kutumenyesha ko umugwi wa Real Madrid canke aba Los Blancos boba bamaze kugiranira amasezerano n’umunyegori wa AS Roma, Alisson Becker 25 yakinye inkino 37 kuri Serie mw’ihiganwa ryo mugihugu c’ubutariyano. Amasezerano y’imyaka 6 niyo tagegekanijwe kuruyo mukinyi. Real Madrid isigaje igikorwa kimwe gusa co kuresha abayobozi ba AS Roma kwemera amafaranga agana n’imiriyoni 55€ za manyaburaya hamwe n’akaganuke k’imiriyoni 5€ ziriko zitangwa na Real Madrid mugihe AS Roma bipfuza imiriyoni 70€ za manyaburaya (Euro). Mugihe Real Madrid yozana Alisson Becker vyoba vyugururiye umuryango wo gusohoka Keylor Navas, yatakaje ingumvu aho Zinedine Zidane yaviriye muri Real Madrid mugihe ariwe ya mushigikira.

#Burundi: Sport AKILEX Yemereye  Aigle Noir kuzobakorera Imyambaro Ine.
Umurwi wa Aigle Noir wo mu ntara ya Makamba uzoserukira Uburundi mu nkino za CAF Champions League wagiranye amasezerano n’ishirahamwe rihingura impuzu zo kwinonora imitsi ryitwa Sport AKILEX nkuko vyamenyesheje na Reverien Ndikuriyo asanzwe aserukira uyo murwi imbere y’amategeko.    Kurubuga rwiwe rwa Facebook Ndikuriyo yanditse uku : « Umurwi wa Aigle Noir CS The Fighters umaze kuvugana na sosiyete ikora impuzu za Sport AKILEX, wahisemwo kuzokoresha imyambaro 4 mu mwaka uza 2019-2020 (2 muri championnat Primus Ligue Burundi n’ibiri yo muri CAF Ligue des Champions ). »  Ikimenyetso c’ishirahamwe Fondation  PAX Burundi riri kwisonga mubafasha  Aigle Noir kirashobora kutazosubira kuboneka imbere y’umwambaro wuyo murwi mugihe iyo myambaro izokorwa ko barashobora kuzohindura abawufata mumugongo ariko Reverien Ndikuriyo akavugako vyose bizomenyekana itariki 11 Rusama uyu mwaka « Hasigaye gusa guhindura SPONSOR kuko Fondation Pax Burundi ishobora kutaba ariyo izoza kw’isonga mugufasha Aigle Noir mu mwaka uza 2019-2020. Vyose bizomenyekana kuri EAGLE DAY , Kuwa 11 Rusama 2019, kuri MAGNIFICAT, Ku Mushasha i Gitega ».
Burundi: Ivyavuye Mu Nkino z’Indwi Ya Gatutu Kuruhande Rw’abigeme.
Ihiganwa ryo mucicaro ca mbere kuruhande rw’abigeme rya rabandanije mumpera zino ndwi aho ryari ryinjiye mu ndwi yaryo igira gatatu. Ata gitangaje kirimwo PVP Buyenzi na Fofila PF irabandanya yigenza neza aho umwe watsinze (6-2) uwundi utsinda (7-0).  Uku niko imirwi yose yatsindanye hamwe nukuntu irushanya amanota. 1. Rain Bow 3-1 Inyange FC
2. La Colombe FC 2-6 PVP Buyenzi
3. Fofila PF 7-0 Ubuntu women FC
4. Lionnes FC 4-0 Christ Roi
5. Onze Étoile 0-1 Lionne Star Uko Irushanya amanota: 1. Fofila PF: 7pts + 11buts
2. PVP Buyenzi: 7pts + 6buts
3. La Colombe FC : 6pts + 4buts
4. Rain Bow: 6pts + 2buts
5. Lionnes FC: 5pts + 4buts
6. Onze Étoile : 4pts + 0but
7. Lionne Star: 4pts – 3buts
8. Ubuntu women FC : 3pts – 7buts
9. Christ Roi: 0pt – 7buts
10. Inyange FC: 0pts – 10buts
#Burundi #Algeria: Fiston Abdoul Razaq Yinjije Ibitsindo Bibiri Murukino Rwabahuje Na MC Oran.
Murukino rw’indwi ya 26 yo mw’ihiganwa ryo mu gihugu ca Algeria Ligue 1 rwariko ruhuza umurwi wa JS Kabylie na MC Oran rwarangiye kuntsinzi ya JS Kabylie y’ibitsindo (4-2). Fiston Abdoul Razaq umusatirizi w’umurundi asanzwe akinira JS Kabylie yinjirije umurwi wiwe ibitsindo bibiri murivyo 4 batsinze MC Oran. Photo credit: compétition.dz Ivyo bitsindo bibiri akaba yavyinjije ku munota wa 3 no ku munota wa 58. Fiston Abdoul Razaq aciye akwiza ibitsindo 7 amaze gutsindira JS Kabylie muruno mwaka w’inkino mugihe umurwi wiwe ubarizwa mu kibanza ca kabiri n’amanota 43, USM Alger niwo ufata ikibanza ca mbere n’amanota 46 muri Algeria Ligue 1.
#Burundi: Rukinzo FC Ihejeje Kuronka Uburengazira Bwogukina Urukino Rwanyuma rw’Igikombe Citiriwe Umukuru w’Igihugu.
Murukino rw’igice ca kabiri gishara icanyuma rwambere rwakiniwe hariya i Gitega ku kibuga Ingoma ruhejeje kurangira kuntsinzi y’umurwi wa Rukinzo FC utsinze Ngozi City ibitsindo bitatu kuri kimwe (3-1). Igice ca mbere c’urukino carangiye imirwi yose inganije (0-0), ariko mugice ca kabiri kigitangura umurwi wa Ngozi City uca uraronka igitsindo ca mbere ariko Rukinzo FC irabandanya isatira Ngozi City gutyo uza kuronga igitsindo cokugombora ndetse ishiramwo nicakabiri. Hasigaye iminota hafi indwi kugira ngo urukino rurangire Rukinzo FC ironka igitsindo ca gatatu, urukino ruba rurangira kuntsinzi ya Rukinzo FC ya (3-1). Rukinzo FC ubaye umurwi wa mbere uronse uburengazira bwo gukina urukino rwanyuma mukurindira  ko hamenyekana uyundi murwi uzowuhamvya hagati ya Inter Star na Aigle Noir bazotana mu mitwe kuri uyu w’Imana.
Allegri Yagize Ico Ashikiraza Kubivurwa Kuri Chistiano Ronaldo.
Mugihe amakuru y’ibihuha abandanya avurwa kuri Christiano Ronaldo ko yasuzuguye abagenzi biwe ko batigeze bitanga murukino umurwi wiwe  wasezerewe na Ajax mugice ca kane gishira icanyuma muri Champions Legue (2-1) ku kibuga cabo ca Juventus Stadium. Massimiliano Allegri umumenyereza wa Juventus yagize ico ashikiriza kurivyo bivurwa kumukinyi wiwe Chistiano Ronaldo mu kiganiro yahaye abamenyesha makuru aho yashize ibintu kumurongo agira ati: Photo credit: Foot01 Ronaldo yagize umwaka w’inkino mwiza. Yatsinze ibitsindo vyinshi kandi akorera umurwi. Ronaldo n’akazoza ka Juventus. Yashitse mu murwi mu mwaka uheze, n’umukinyi w’igitangaza akora ibintu vyiza cane kandi azobikora no mu mwaka uza. Ukubaho kwa Ronaldo na Juventus sugutahukana Champions League gusa. Nibazko Barca igiye gukina igice ca kabiri gishira icanyuma haciye imyaka ine. Ivyo bibafashe umwanya w’imyaka itatu canke ine mugihe bafise Messi.
Lionel Messi Arakarira Cane Imirwi Yo Mubwongereza Muri Champions League.
Mugihe aherutse gutsindira umurwi wiwe wa FC Barcelona ibitsindo bibiri muri bitatu watsinze Mancher United. Lionel Messi kizigenza wa FC Barcelona yaciye akwiza  bitsindo 24 amaze gutsinda imirwi yo mu bwongereza muri Champions League  mu nkino 34 amaze guhura nayo kiretse Liverpool gusa amaze guhura nawo kabiri ariko atagitsindo arawutsinda nkuko Ikinyamakuru Squawka kivyerekana. Photo credit: Squawka Mu mirwi Lionel Messi amaze gutsinda ibitsindo vyinshi icenda ni Arsenal mu nkino 6 gusa. Izi nizo nkino Leo Messi yagiye arahura niyo mirwi hawe n’ibitsindo yayitsinze: Chelsea Inkino icumi amaze kuwutsinda ibitsindo 3. Arsenal inkino 6 amaze kuwutsinda ibitsindo 9. Manchester United inkino 6 ibitsindo 4. Tottenham inkino 2 awutsinda ibitsindo 2. Liverpool Inkino 2 Ntagitsindo arawutsinda.
Burundi: Ikirangaminsi c’Indwi Yanyuma Ya Primus League Cahindutse.
Mugihe hasigaye indwi imwe gusa igira 30 irangiza ihiganwa rikuru ryo mu Burundi, Primus League Burundi, ikirangaminsi cahindutse aho inkino indwi kuri munani zizokinirwa kubibuga bitandukanye kw’isaha imwe (15H00) kiretse rumwe gusa ruzokinwa kuri itariki 28 Ndamukiza uyu mwaka rwa Messager Bujumbura imaze gukoroka icicaro uzoba wakiriye  Aigle Noir imaze gutahukana igikombe. Messager Bujumbura Kuri Stade Prince Louis Rwagasore Ivyo biruko mugihe ikirangaminsi ca mbere inkino ntizakinirwa ku minsi imwe mugihe zisanzwe zifise ibiharuro bikomeye cane na cane cane ku mirwi isanzwe iri mubibanza vyo gukoroka icicaro. Itariki, Amasaha hamwe n’ibibuga izo nkino zizokinirwako biri uku gukurikira: Itariki 24 Ndamukiza 2019 igihe c’isaha icenda (15h00) Urukundo Stadium: Ngozi City vs Kayanza United CTN: Lydia Ludic vs Bumamuru FC Prince Louis: Vital’O FC vs Messager Ngozi FC. Ivyizigiro: Rukinzo FC vs Flambeau Du Centre Ingoma: Musongati FC vs Athletico Olympic Umuco: Olympic Star vs Bujumbura City Urumuri: Flambeau De L’est vs Les Lierres FC Itariki 28 Ndamukiza 2019. Prince Louis: Messager Bujumbura vs Aigle Noir.
« Isase Riva Kucuma » Chistiano Ronaldo Junior Umuhinga Nka Se Muvyo Gutsinda Ibitsindo.
« Isase riva kucuma » canke « Impfizi y’intama itenderanka se » nkuko abasogokuru babivuze. Umuhungu w’umukinyi w’umupira wa maguru rurangiranwa kw’isi Christiano Ronaldo, ariwe Chistiano Ronaldo Junior yinjirije umurwi wiwe wa Juventus wabatarenza imyaka icenda (Juventus U-9) ibitsindo 12 mu nkino zi biri mw’ihiganwa ryariko ribera muri Portugal i Madeira.  Muriryo higanwa ririko ribera i Madeira aho Juventus U-9 yatumiwe mu rukino rwa mbere yatanye mu mitwe na Maritimo China bawutsinze ibitsindo 26-0 yinjiza wenyene ibitsindo indwi (7buts) urwakabiri batsinda Camacha itsindo 15-1 yinjiza wenyene ibitsindo bitanu (5buts).
Inter Star Yemereye Akabahasha  Abakinyi Bayo Baramutse Basezereye Aigle Noir.
Murukino rutegekanijwe kuri uyu w’Imana itariki 21 Ndamukiza uyu mwaka rw’igice ca kabiri gishira icanyuma mu gikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu, ruzohuza umurwi wa Inter Star na Aigle Noir ruzokinirwa kukibuga Umuco. Abarongoye Umurwi wa Inter Star basubiriye kwemerera abakinyi babo akaganuke kangana n’ibihumbi ijana vya marundi (100.000 Fbu) ku mukinyi umwumwe ni baramuka basezereye umurwi wa Aigle Noir. Inter Star ikaba yemereye abakinyi bayo ako kabahasha, inyuma yo kubikora nkuko nyene murukino rw’igice ca kane gishira icanyuma batanye mumitwe na Messager Ngozi bawutsinda (4-2) aho bari bemereye abakinyi bayo amafaranga angana n’ibihumbi mirongo itandatu na bitanu vya marundi (65.000 Fbu). Umurwi wa Inter Star usanzwe ukina icicacro ca kabiri umaze gusezerera imirwi itari mike yo mucicaro ca mbere muri kino gikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu nka Olympic Star na Messager Ngozi FC imaze kugitahukana rimwe, hamwe na Bujumbura City. Umurwi utahukanye kino gikombe niwo uzaca userukira Uburundi muri Coupe de la Confederation muri Afrika.
Burundi Ngozi: Ikibuga Mpuzamakungu Urukundo Stadium Caguruwe N’imvura Ivanzemwo Umuyaga!
Imvura ivanzemwo umuyaga yaguye kuri uyu wa kabiri mu ntara ya Ngozi yaguruye ikibuga mpuzamakungu Urukundo gisanzwe cemewe  n’Ishirahamwe ry’umupira wa maguru muri Afrika CAF.  Uruhande rwasinzikanjwe cane niyo mvura n’uruhande rwo mubwugamwo, C na B nkuko vyamenyeshejwe na Messager Ngozi FC ibicishije kurubuga rwabo rwa Facebook.  Mugihe m’ubwugamwo bw’iteka butasinzikanjwe cane niyo mvura yari vanzwemwo n’umuyaga  nkuko babandanije babimenyesha kurubuga rwabo.  Amabati n’ivyuma vyari bisakajwe ico kibuga bikaba vyasenyutse bimwe bija mukibuga ibindi bigwa inyuma y’ikiguga. Urukundo Stadium gisanzwe giherere ku gasozi ka Buye muri Komine Mwumba mu ntara ya Ngozi cahora cakirirwako inkino za Primus League  n’imirwi  ya Messager Ngozi, Kayanza United na Ngozi City. Mwokwibukako Ico kibuga cemerewe kuba Mpunzamakungu mu mwaka 2018.
Burundi: Abasatirizi Ba Primus League Bananiwe Guhanagura Amateka Ya Laudit Mavugo Harashize Imyaka 2!
Harashize imyaka ishika kuri ibiri y’inkino abasatirizi basanzwe bakini iryo higanwa bananirwa guhanagura amateka yandikishijwe n’umusatirizi wa kera wa Vital’O FC, Laudit Mavugo mukumara ikiringo c’imyaka ishika kuri ibiri yose atsinda ibitsindo bishika kuri 30 buri umwaka w’inkino muriryo higanwa muri 2015-2016, 2016-2017 none kuva aho agiriye ntawundi musatirizi arasubira kwinjiza ivyo bitsindo gushika n’ubu. Photo Credit: Gazeti la Jamhuri. Laudit Mavugo Mu mwaka w’inkino wa 2017-2018, Shaka Bienvenue yakinira Aigle Noir yagererageje gato mugushaka guhamvya Laudit Mavugo ariko aburamwo igitsindo kimwe gusa kugira ngo amushikire kuko yarangije ihiganwa rya Primus League afise ibitsindo 29 akurikirwa na Slim Saidi wa Olympic Star.  Mu mwaka w’inkino wa 2018-2019 nubwo hasigaye urukino rumwe gusa ngo ihiganwa rirangire nuko icize ari gikeyi cane co guhanagura amateka y’ibitsindo 30 Laudit Mavugo yamaze imyaka ibiri yikurikiranya abitsinda kuko uwa mbere ariwe Kanakimana Bienvenue umusatirizi wa Aigle Noir kugira ngo amushikire asigaje ibitsindo 7, asanzwe afise ibitsindo 23 mugihe atakibarizwa i Burundi. Uwumukurikira Irakoze Saidi wa Musonagti FC afise ibitsindo 17 bisagurako we asigaje ibitsindo 13 kugira amushikire.  Uravye uko bisigaye bigorana guhanagura amateka yandikishijwe na Laudit Mavugo mu myaka ibiri yikurikiranya, ukaraba n’ukuntu ata mukinyi numwe asanzwe akina Primus League Burundi ahamagarwa mu murwi nserukira gihugu Intamba Murugamba zabakuze  ntaworeka kuvugako ihiganwa rya hano iwacu risa niryasubiye gatoyi ufatiye kuriyo mwaka ibiri iheze.
Burundi: Ikirangaminsi c’Intamba Murugamba Mw’Itsinda B.
Inkino z’igikombe gihuza imirwi nserukira gihugu c’Afrika zizotangura itariki 21 Ruheshi zikazorangira itariki 19 Mukakaro uyu mwaka. Uburundi buri mw’itsinda rya B hamwe n’Ibihugu nka Nigeria, Guinnée Conakry na Madagascar ivyo bihugu vyose bizoba bicumbitse mugisagara ca Alexadria kiretse urukino rumwe rwanyuma ariho Uburundi buzorukinira mugisagara ca Al Salam rukazozihuza na Guinnée. Urukino rwayo rwa mbere Intamba zizotana mu mitwe n’Igihugu ca Nigeria itariki 22 Ruheshi 2019.  Inkino za mbere ziryo tsinda rya B zitangura itariki 22 Ruheshi 2019. Le 22-06-2019 19h00′: Nigeria Vs Burundi (Alexadria) 22h00′: Guinea Vs Madagascar (Alexadria)   Le 26-06-2019 16h30′: Nigeria Vs Guinea (Alexadria) 16h30′: Madagascar Vs Burundi (Alexadria)   Le 30-06-2019 18h00′: Madagascar Vs Nigeria (Alexadria) 18h00′: Burundi Vs Guinea (Al Salam)
TP Mazembe Ihejeje Gukosora Simba SC Muri CAF Champions League.
Umurwi wa TP Mazembe wo muri Congo RDC,  uhejeje gukosora Simba SC iwutsinze ibitsindo bine kuri kimwe (4-1) murukino rwa CAF Champions League igice ca kane gishira icanyuma murukino rwogusubiriza rwabereye kuri Stade Martyr de Kinshasa mugihe murukino rwa mbere Simba  SC yanganije na Mazembe  kuri Uwanja wa Taifa (0-0). Simba SC niyo yatanguye kuronga igitsindo hakiri kare ku munota wa 2 babikesheje Emmanuel Okwi kigomborwa kumunota wa 23′ na Kabaso Chongo, Mechak Elia yongeramwo ica kabiri baja kuruhuka Mazembe ifise (2-1). Mugice ca kabiri TP  Mazembe yongerezamwo inguvu isubira kuronka ibindi bitsindo 2 ibikesheje Tresor Mputu Mabi ku munota wa 68′ ndetse no kumunota wa 78′ Jackson Muleka akubitamwo icakane Simba SC iba irasezereye izo nkino kubitsindo (4-1) munkino zibiri zose urwambere wabaye (0-0).
GRAMAN Niryo Shirahamwe Rizokwambika Uburundi Muri CAN 2019.
Mugihe Uburundi buherutse kwambikwa n’Ishirahamwe rya Nike kubera Saido Berahino ariryo asanzwe afitaniye amasezerano  ubuho Intamba Murugamba  mu nkino z’igikombe c’Afrika muri Misiri zizokwambikwa nirindi shirahamwe ryitwa GRAMAN ry’Abatariyano nkuko vyamenyeshejwe n’uwusanzwe arongoye ishirahamwe ry’ubumpira wa maguru mu Burundi, FFB, Reverien Ndikuriyo abicishije kuri Facebook yiwe aho yamenyesheje  kandi ko iryo shirahamwe nyene rizokorera abakunzi b’Intamba imyambaro ishika ku bihumbi icumi (10.000).  Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, ryagomba kumenyesha ko muri izo nkino eka mbere n’ inkino zigiye gukurikira rizokorana n’ishirahamwe ry’abataliano ryitwa GARMAN mu kwambika umurwi nserukiragihugu hamwe n’ abakunzi b’umurwi nserukiragihugu INTAMBA MU RUGAMBA. Imyambaro yemewe y’abakunzi b’intamba mu rugamba igera ku 10,000 niyo ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ritegekanya ku banywanyi b’intamba.
« Cristiano Ronaldo n’Umwimanyi Gusumba Lionel Messi ».
Chistioano Ronaldo  n’umwimanyi gusumba Lionel Messi.  Ivyo bivurwa n’uwahoze arongoye umurwi wa Manchester United, Martin Edwards yabivugiye mukiganiro yahaye ikinyamakuri Gazzatta Dello Sports. Mukiganiro yahaye ico kinyamakuru baramusavye kugereranya  Messi na  Ronaldo uyo mugabo yagize uku gukurikira: « Kugereranya CR7 na Messi? Messi afise umutima wogufashanya n’abandi ivyo bibonekera mugihe agiye kuryohererwa igitsindo aryoherwa yiruka kuri bagenziwe. CR7 n’umwimanyi mugihe atsinze ajakuryohererwa igitsindo wenyene agashaka ko abandi bakinyi aribo  bamwirukako inyuma ».

Aya namwe mu mazina akomeye cane y’abakinyi bipfuzwa n’umugwi wa Inter Stars.
Inyuma yo kuronka umuyobozi mukuru mushasha Mrisho Djuma Chamalilo, umugwi wa Inter Stars uripfuza bamwe mu bakinyi bakomeye cane batagikina hano iwacu nka Shassir Nahimana yahora akinira umugwi wa  Rayon Sports mu gihugu c’Urwanda hamwe na Alexis Kitenge yahora akinira umugwi wa Tusker wo muri Kenya. Amakuru dukesha abegereye umugwi wa Inter Stars, atumenyesha ko uyo mugwi wipfuza kugura bamwe mu bakinyi bakomeye kugira ngo baze gupfasha Inter Stars kugaruka mu cicaro ca mbere, bamwe murabo bakinyi bipfuzwa ni nka Shassir Nahimana umukinyi wa kera wuyo mugwi nyene, ayo makuru nyene akavugako Shassir Nahimana yoba yaremeye gufasha uyo mugwi kugaruka mu cicaro ca mbere (Primus Ligue) ariko akaba yarabasavye kumugurira inzu yo muri zone Buyenzi mu gisagara ca Bujumbura, ico Inter Stars yabonye ko ari amananiza. Mwomenyako Shassir Nahimana murikino gihe yibereye i Bujumbura inyuma yo kwanka kujana na Rayon Sports muri Cecafa Kagame Cup iriko ibera mu gihugu ca Tanzaniya. Alexis Kitenge yahora akinira Tusker yo mugihugu ca Kenya nawe nyene ari mu bakinyi bipfuzwa nuyo mugwi, uyu nawe nkuko ayo makuru nyene ava mubegere cane Inter Stars abandanya abitumenyesha nuko yasavye uyo mugwi kumuha umushahara ungana incuro zibiri nuwo yahora ahembwa muri Tusker, ico Inter Stars ikimbandanya yiyumvirako. Alexis Kitenge umusatirizi wa kera wa Athletico Olympic nawe nyene muri kino gihe akaba arikumwe na LLBS4A muri Cecafa Kagame Cup.

Ikinyamakuru magaratimes cabateguriye amakuru y’inkino aroshe avurwa hano iwacu, ndetse no ku mugabane waburaya.
Mukiganiro c’inkino c’ikinyamakuru canyu, Magaratimes cabateguriye, co kuruyu w’imana itariki 1 mukakaro 2018, turagaruka kumakuru avurwa muri Cecafa Kagame Cup, ibihuha vy’igura n’igurishwa ry’abakinyi mu migwi ya hano iwacu, hama dusimbire no ku mugabane wa buraya mw’igura n’igurishwa ndetse no mu gikombe c’isi yose. Mwagiteguriwe na Magaratimes mugishikirizwa nanje Ismail Kwizera batazira Nahodha.                                                          Amakuru y’inkino kuri Magaratimes Lydia Ludic Burundi Sport 4Africa yaserukiye uburundi muri Ceaca Kagame Cup iriko ibera muri Tanzaniya, ntivyagenze neza murukino rwabo rwambere. Inter Stars inyuma yo kuzana umemenyereza Karumba Jean Tigana baripfuza abakinyi basanzwe bafise amazina akomeye hano iwacu. Ngozi City yipfuza umemenyereza yoza gusubirira Partick Nshimirimana. Musongati FC na Flambeau Du Centre intambara irabandanya kuri Djuma Muhamed. Iburaya Ibihuha vy’igura n’igurishwa Chelsea ku munsi wa mbere izogena umumenyereza mushasha, Ancelotti aripfuza Karim Benzema, Messi na Ronaldo imigwi yabo yasezerewe bavuga iki inyuma yo gusezera  inkino z’igikombe c’isi yose? Ayo makuru n’ayandi menshi ni murino rino jwi (Audio) aha hasi
Umugwi wa Gormahia wo muri Kenya wasinyishije umukinyi w’umurundi.
Umugwi wa Gormahia wo mugihugu ca Kenya wasinyishije, umukinyi w’umurundi asanzwe akina hagati  kuruhande rwo gusatira, Moustapha Francis batazira «Ndjali», imukuye muri Kiyovu Sports yo mugihugu  c’Urwanda aho yarasanzwe akinira uyo mugwi ikiringo c’imyaka 2. Kuruyu wa gatanu itariki 29 Ruheshi 2018 niho umugwi wa Gormahia wabishize ahabona ko wagiranye amasezerano na Moustapha Francis Ndjali, vyari bimaze imisi bivurwa ko uyo mukinyi umwanya n’umwanya ashobora gusinya muruyo mugwi none vyahavuye biba ukuri. Moustapha Francis akaba agiye guhemwa ku kwezi, ibihumbi ijana na mirongo itanu vya mashilingi yama Kenya (150.000 Ksh) akaba angana n’amadorari igihumbi n’amajana atanu ku kwezi (1500 USD). Moustapha Francis mu mugwi wa Gormahia, agiye gusangamwo uwundi mukinyi w’umurundi, Nizigiyimana Karim batazira Makenze afise imyaka itari mike muruyo mugwi. Uyu musore w’imyaka 22, Moustapha Francis Ndjali hano iwacu yaciye mu mugwi wa Muzinga FC aca muri Vital’0 FC ikiringo gitoyi cane aho yaciye yerekeza muri Kiyovu Sports none avuye muri Kiyovu Sports agiye muri Gormahia.
Inzego z’umugwi wa Olympic Star ziri mubiganiro n’uwahoze amenyereza umugwi wa  Flambeau de l’est.
Inyuma yo gutandukanya n’umumenyereza Hussein Wello, umugwi wa Olympic Star warumaze imisi itari mike urondera umumenyereza yoza ku musubirira. Muramwwe mu mazina avurwa muruyo mugwi wa Olympic Star ko yoza gusubirira Wello, harimwo irya Haruna Ferouzi.  Amakuru yo kwizera ava muruyo mugwi wa Olympic Star atumenyesha ko kuva ku musi w »ejo inzego zuyo mugwi zatanguranye ibiganiro na Haruna Ferouzi ko yoza gufata ikibanza ca Hussein Wello aherutse kuva muruyo mugwi, ivyo bikaba bije inyuma yaho Olympic Star bananiranye n’uwundi mumenyereza bari batanguranye ibiganiro nawe suwundi ni Ismail Jean Marie Nduwantare, uyu we mu mwaka uheze yamenyereje ikiringo gitoyi  umugwi wa Delta Star, nkuko ayo makuru nyene abandanya abitumenyesha. Haruna Ferouzi akaba amaze imisi ibiri ari mugisagara ca Muyinga kuvugana n’inzego zuyo mugwi wa Olympic Star. Mugihe Haruna Ferouzi yogirana amasezerano na Olympic Star yo kumenyereza uyo mugwi, ntuzoba ubaye umugwi wiwe wa mbere wo mucicaro ca mbere amenyereje amaze guca mu migwi itandukanye nka Flambeau de l’est, Les Lierres, Les Jeunes Atheletics, Les éléphants, aca muri Vital’o FC nk’icegera ca Jean Gilbert Kanyenkore. Hambavu yivyo Haruna Ferouzi yarakinye umupira wa maguru yakina kuruhande rwo kuzibira,  yamenyekanye ane nk’umukinyi  ahanini igihe yakina  muri Vital’o FC bamutazira « Fello » Mwomenya kandi ko Haruna Ferouzi asanzwe afise impamya bushobozi y’ubumenyereza A, (Licence A).
Ibihuha bivurwa kwigura n’igurisha ry’abakinyi kumugabane wa buraya, vyo kuruyu wa kane.
Manchester City iri hafi yo kuronka umukinyi wo hagati wa Napoli, Manchester United nayo iri hafi yo kwongereza amasezerano umukinyi wabo wohagati, Chelsea na Manchester United bariko bagwanira umusatirizi wa Bayern Munich.                                                                 Ifoto y’ikinyamakuru TalkSport Umugwi wa Manchester City uri hafi yo kuronka umukinyi wo hagati wa Napoli  Jorginho ku giciro c’imiriyoni 43£ nkuko bivurwa n’umuserukizi wiwe, Joao Santos aho yamenyesheje ko amaze kugenda mu bwongereza kuvugana na Manchester City hakaba hasigaye ko umuyoboze wa Napoli, Aurelio De Laurentiis ko yemera kurekura uyo mukinyi yigire. (Daily Mirror) Manchester United iri hafi yo kumenyesha ko yagiranye amasezerano y’imyaka 2 na Marouane Fellaini yo kuguma muruyo mugwi. (The Daily Telegraph). Chelsea na Manchester United iyo migwi yose iripfuza umusatirizi wa Bayarn Munich, Robert Lewandowski, nkuko amakuru abivuga.(The Sun). Tottenham barekuye imiriyoni 23£ k’umusatirizi wa Nice Alassane Plea, nkuko amakuru ava mugihugu mugihugu c’ubufaransa abimenyesha (The Sun). Jurgen Klopp aripfuza umukinyi wa Real Madrid Marco Asensio (Daily Star). Gareth Bale umusatirizi wo kuruhande wa Real Madrid ategekanije kugirana ibiganiro na Florantino Perez mugihe bivurwa ko Manchester United imwipfuza nkuko uwumuserukira, Jonathan Barnett yabimenyesheje (Daily Star).
Aya niyo mafaranga Djuma Muhamed yaguzwe na Flambeau Du Centre.
Umusatirizi wo kuruhande w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba za batarenza imyaka 20 hamwe n’umugwi wa Musongati FC, Djuma Muhamed aheruka kugurwa burundu n’umugwi wa Flambeau Du Centre, biravugwa ko yoba yaguzwe imiriyoni ziri hagati ya cumi na cumi na zibiri. Djuma Muhamed murukino rwa kivandimwe intamba mu rugamba U-20 yariko itana mu mitwe na Musongati FC. Soma kandi: Djuma Muhamed ntazoja muri Flambeau Du Centre muruno mwaka, kiretse ko agiye kuguma muri Musongati FC. Amakuru dukesha abasanzwe begereye umugwi wa Zebre FC wagurishijwe Djuma Muhamed ndetse n’abegereye Flambeau Du Centre baguze burundu uyo mukinyi amenyesha ko uyo mukinyi bamuguze imiriyoni ziri hagati ya 10 na 12 za mafaranga y’amarundi. Ivyo bikaba bije inyuma yaho Djuma Muhamed mukiganiro yahaye magaratimes yabeshujwe ko atarayo mafaranga yaguzwe ariko atashimye kuvuga amafaranga yaguzwe.
Djuma Muhamed ntazoja muri Flambeau Du Centre muruno mwaka, kiretse ko agiye kuguma muri Musongati FC.
Umusatirizi wo kuruhande w’umugwi wa Musongati FC, Djuma Muhamed aheruka kugurwa burundu n’umugwi  wa Flambeau Du Centre imukuye mu mugwi wiwe wa Zebre FC, kugiciro batashimye kumenyesha, uyo mukinyi naho yaguzwe na  Flambeau Du Centre ariko ntazoja muruyo mugwi muruyu mwaka w’inkino wa 2018-2019 ahubwo ko azowujamwo muri 2019-2020.  Mukiganiro yahaye Ikinyamakuru Www.magaratimes.com DJuma Muhamed aremeza amakuru amuvurwako ko yaguzwe burundu na Flambeau Du Centre, kandi ko yavyakiriye neza ndetse yarubahirije ingingo yafashwe n’abarongozi biwe bo mu mugwi wa  Zebre FC. Djuma Muhamed yagize ati « Nivyo ayo makuru nari nsanzwe ndayazi kuko vyabaye arihondi, kugurishwa burundu muri Flambeau Du Centre navyakiriye neza cane, kandi ko ntegerezwa kw’ubahiriza inkingo yafashwe n’abarongozi banje bo muri Zebre FC » Kubijanye nuko yoba yarasinye kare muri Musongati FC ntavyo ahakana, kuko yaje kugurwa na Flambeau Du Centre amaze gusinya amasezerano yo kuguma muri Musongati FC, Djuma Muhamed ati « Ego ayo masezerano arahari, niyo mpamvu mvuga ko nshobora gukina uno mwaka wa 2018-2019 muri Musongati FC hama muwundi mwaka nzoca nja mu mugwi wanguze wa Flambeau Du Centre » Kugira ngo Djuma Muhamed agurwe burundi  na Flambeau Du Centre hama agume muri Musongati FC, vyavuye ku mwumvikano iyo migwi yose ibiri yo mu ntara imwe ya Gitega yagiranye ko Djuma Muhamed yoguma ngaho muri Musongati FC uyu mwaka, hanyuma umwaka ukurikira agaca yerekeza icese muri Flambeau Du Centre. Ikibazo co kugurwa burundu muri Flambeau Du centre, Djuma Muhamed aracakira neza cane kuko we ntakindi atari kwubahiriza ingingo yabamurongoye. kubijanye n’akayabo kamafaranga imiriyoni 10 avurwa ko ariyo yaguzwe, Djuma Muhamed we avyamirira kure ariko abishiramwo igipfungu cinshi cane aho yagize ati « Oya  ayo makuru siyo ariko mugabo kuvyerekeye ayo mafaranga, n’ibanga rwanje n’abaturongoye » Djuma Muhamed avuga kandi ko kuja muri Flambeau Du Centre ntivyanezereje abakunzi ba Musongati FC ariko akabasaba kw’ihangana, abakunzi ba Flambeau Du Centre abasaba kumurindirana igishika cinshi cane. Ikibazo ca mafaranga ahebwa muri Musongati FC yamenyeshe ko ari ibinga ryiwe kandi ko atobishira hejuru. Murashobora kwumviriza  kandi Djuma Muhamed muri kino kiganiro yaduhaye ngaho hasi kuri ryo ijwi.
Ngozi City iri mubiganiro n’umumenyereza yigeze kumenyereza kera umugwi wa Les éléphants.
Umugwi wa Ngozi City wo mu ntara ya Ngozi, mu mwaka uheze wahatswe gukoroka icicaro, uri mubiganiro n’umumenyereza Alexis Harimenshi, kugira ngo aze amenyereze uyo mugwi w’igikundiro c’abanyengozi.  Umugwi wa Ngozi City warusanzwe umenyereza na Partick Nshimirimana, uri mu biganiro n’uwundi mu menyereza, Alexis Harimenshi nkuko tubikesha abasanzwe begereye cane uyo mumenyereza. Ayo makuru nyene aremeza neza ko uyo mumenyereza atankeka iyo ibiganiro bigenze neza n’abarongoye Ngozi City arashobora guca asinya amasezerano ubu vuba. Alexis Harimenshi n’umumenyereza amenyereya amahiganwa. Amaze guca mu migwi itandukanye, yigeze kumenyereza umugwi wa Les éléphants womu ntara ya Bubanza, aca muri Les Guêpiers Du Lac i Makamba, aca muri Royale FC, Royale Star imigwi y’umuhisi Oscar Ndayiziga, aca mu migwi ya Kerebuka FC w’abigeme i Makamba hamwe na Anaconda yahora ari ishure ry’umupira wa maguru rya Vital’o FC. Alexis Harimenshi niyaramuka asinye amasezerano nuwo mugwi, akabazo twoca twibaza mbega akazoza ka Partick Nshimirimana koba arakahe muruyo mugwi?
Uwigeze kumenyereza umugwi wa Olympic Star yasinye mu mugwi wa Inter Stars.
Umugwi wa Inter Stars uzokina mu cicaro ca kabiri mu mwaka uza wasinyishije amasezerano y’umwaka umwe umumenyereza Jean Karumba batazira « Tigana ».           Karumba Jean Tigana iburyo yambaye ikoti hanwe n’umunyamabanga mukuru wa Inter Stars Umugwi wa Inter Stars wakorokeye mu cicaro ca 2 muri Ligue B, washize ahabona  mw’ijoro ryo kuruyu wa mbere rishirra uyu wa kabiri ko wagiranye amasezerana y’umwaka umwe n’umumenyereza  Karumba Jean Tigana uyu nawe akaba aje afise igikorwa co kugarukana  umugwi wa Inter Stars mu cicaro ca mbere. Uburambe mu mahiganwa atandukanye ya hano iwacu ndetse no mukarere nibwo buranga Karumba Jean Tigana,  aho yaramenyereje imigwi itandukanye mu cicaro ca mbere nka Olympic Star hamwe n’imigwi yose isanzwe iri muri Academie Messager, mukarere naho amenyereza umugwi wa Muungano wo muri Congo amenyereza kandi imigwi ya Rusizi FC, Elite yo mucicaro ca kabiri.
Umukinyi bivurwa ko yasinye muri Musongati FC ahubwo ko yaguzwe burundu n’umugwi wa Flambeau Du Centre.
Umugwi wa Musongati FC uherutse gushira ahabona ko wagiranye amasezerano n’abakinyi 11, murabo harimwo Djuma Muhamed, uyu nawe bivurwako atarivyo, ahubwo ko yaguzwe burundu n’umugwi w’umukeba wayo Flambeau du Centre. Page facebook ya Musongati FC Gitega Umukinyi Djuma Muhammed yahora akinira umugwi wa Musongati FC mu mwaka uheze yagurishijwe burundu muri Flambeau Du Centre, nkuko tubisanga mw’ikete ry’igura nigurishwa umugwi wiwe wa Zebre FC wagiranye amasezerano na Flambeau Du Centre, ivyo bikaba bije inyuma yaho Musongati FC iherutse gushira ahabona urutonde rw’abakinyi 11 imaze kugiranirana amasezerano murabo bakinyi izina rya  Djuma Muhamed rikaba ririmwo, mugihe muri rino kete ryigura nigurishwa ryerekana ko yagurishijwe burundu muri Flambeau Du Centre hamwe n’umugwi wiwe wa Zebre FC. Ibibazo nivyinshi two kwibaza, mbega Musongati FC yoba yarashatse kwerekana ko yaguze Djuma Muhamed kugira ntihagire uwundi mugwi umurondera? Canke Djuma Muhamed yoba ari ikirira habiri ashaka kurya amafaranga ya Musongati FC na Flambeau Du Centre? Canke ni Zebre FC umugwi wiwe washatse kurya amafaranga menshi gusumba ayo bari bahawe na Musongati FC mugihe bivurwa ko akayabo k’imiriyoni 10 niyo avurwa ko yatanzwe na Flambeau Du Centre? N’inkuru tuzobandanya tubatohoreza.
Abakinyi benshi bo muri Aigle Noir na Olympic Star bashimye kwirukira  muri Musongati FC.
Umugwi wa Musongati FC wo mu ntara ya Gitega, warashize ahabona amazi y’abakinyi bamaze gusinya amasezerano nuyo mugwi. Amazina agaragara muri runo rutonde benshi nabahoze muri mu migwi ya Aigle Noir na Olympic Star.  Abakinyi bashika kw’icumi na rimwe (11) nibo bamaze gusinyishwa amasezerano muri Musongati FC nkuko tubikesha umunyamabanga mukuru wuyo mugwi Frank Mandela abicishije kurubuga ngurukana bumenyenyi bwiwe bwa Facebook. Abakinyi 4 murabo mu mwaka uheze bakinira umugwi wa Aigle Noir, Kamana Ismael, Rukundo Therance, Ndikumana Jean Etando hamwe na Ndayisenga Eliphaz. Abandi bashika kuri 4 bahoze bakinira umugwi wa Olympic Star ni Mbazumutima Baba, Bizimana Joe, Pascal Ramadhan na Wilonja Ibrahim mugihe abandi 3 bari basanzwe bakinira uyo mugwi nyene nka Ndizeye Eric, Kandolo Hemed Amissi na Djuma Muhammed. Muri rusangi urwo nirwo rutonde rw’abakinyi cumi n’umwe bamaze gusinya muruyo mugwi mugihe gushika n’ubu Musongati FC itaramenyesha uwugiye gusubirira uwahoze ari umumenyereza wabo Vivier Bahati, nubwo bivurwa ko Hussein Wello ari ashobora ku musubirira umwanya uwariwo wose.
Vital’o FC ihejeje gutwara igikombe kigira kabiri citiriwe umukuru w’igihugu ibanje kunyagira Delta Star.
Murukino rwanyuma mu gikombe citiriwe umukuru w’igihugu rwabereye ku kibuga Ingoma mu ntara ya Gitega kuruyu wa gatandatu, umugwi wa Vital’o FC watahukanye ico gikombe ubanje kunyagira umugwi wa Delta Star ibitsindo 3-1, ibitsindo bibiri vya Christian Mbiri na Ngenzi Issa mugihe igitsindo co kwiyoza amarira ca Delta Star cinjijwe na Dusabe Olivier.                                                                      Www.magaratimes.com Vital’o FC itwaye igikombe cabo kigira kabiri muri kino gikombe citiriwe umukuru w’igihugu, kuko no muri 2015 bari baratwaye ico gikombe barikumwe n’umumenyereza Jean Gilbert Kanyenkore, Vital’o FC mu mwaka uza bakazoserukira igihugu c’uburundi mu mahiganwa y’imigwi yatwaye ibikombe iwabo  (Coupe de la Confédération) ku mugabane wa afrika. Kuva aho Kanyenkore agarukiye mu mugwi wa Vital’o FC uyu mwaka yashitse ahereza  uyo mugwi igikombe mugihe warumaze hafi umwaka wose atagikombe utahukanye. Imiriyo zitanu za mafranga ya marundi niyo umugwi wa Vital’o FC utahukanye uno munsi. Vital’o FC ukaba usigaje igikombe kimwe gusa kugira ngo uhamvye Lydia Ludic wo usanzwe ufise ibikombe bi tatu vyitiriwe umukuru w’igihugu.
Inter Stars yamenyekanishije uwundi muyobozi mushasha aje gufasha uyu mugwi kugaruka mu mateka yawo.
Umuguwi wa Inter Stars urongowe na Bizimana Hussein (Eto’o), kuruyu wa gatatu itariki 20 ruheshi 2018 waragize inama yo kumenyekanisha umuyobozi mukuru (President Manager General) Mrisho Djuma Chamalilo.  Muriyo nama yatumweko n’umurongoye umugwi wa Inter Stars, Bizimana Hassein (Eto’o) yitabirwa n’intararibonye zigize uyo mugwi wa Inter Stars, intumbero yayo yariyo kumenyekanisha izindi nzego zigize uyo mugwi ahanini umuyobozi mukuru wa Inter Stars, Mrisho Djuma Chamalilo, icegera ciwe nuwitwa Nzeyimana Yassini, umunyamabanga mukuru Adidja Kiburugutu, umuyobozi ajejwe ubuhinga Omar Afya. Umugwi ujejwe ibikorwa vyuwo mugwi uhurikiyemwo intararibonye, abakinyi bakinye kera muri Inter Stars nabo naba bakurikira: Mzee Radjabu Djumapili Mzee Rurameze Ahmad (Meze) Mzee Ali Hassani (Seth) Mzee Kassim Mtambara Rusegura Abdi Jean Marie Vianney Nzeyimana Yassini Omar Afya. Abo bose bakaba bateye umukono ku rupapuro rwemeza uyo muyobozi mukuru wa Inter Stars, Mrisho Djuma Chamalilo. Twobibutsa   ko Umugwi wa Inter Stars warakorotse icicaro uva muri Primus Ligue uja muri Ligue B aho warumaze imyaka 29 ukina mu cicaro ca mbere. Akabazo benshi bibaza mbega izi nzego nshasha ziyongeye muruno mugwi zoba zije gukemura ibibazo vyari bisanzwe biri muruno mugwi? Reka ibihe bizotubwira. Akabazo benshi bibaza mbega izi nzego nshasha ziyongeye muruno mugwi zoba zije gukemura ibibazo vyari bisanzwe biri muruno mugwi? Reka ibihe bizotwishura.
Vital’o FC na Delta Star kugira ishike mu rukino rwanyuma mu gikombe citiriwe umukuru w’igihugu basezereye iyihe migwi?
Mugihe kuruyu wa gatandatu itariki 23 ruheshi uyu mwaka turimwo, Vital’o FC na Delta Star zizotana mu mitwe mu rukino rwanyuma rw’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu urukino rutegekanijwe kuzobera i Gitega ku kibuga Ingoma. kugira ngo ino migwi ishike kuri runo rwego nuko yakinye inkino 5.                                         Www.magaratimes.com Umugwi wa Vital’o FC ku kibuga Ivyizigiro Murizo nkino 5 ino migwi yakinye dusanga ko umugwi wa  Vital’o FC ariwo mugwi watanye mu mitwe n’imigwi ikomakomeye, umwe wo mu cicaro ca mbere, 3 yo mu cicaro ca kabiri hamwe n’umugwi umwe ukina amahiganwa yo muntara (Championnat Local), mugihe umugwi wa Delta Star wo wasezereye umugwi umwe wo mucicaro ca mbere, 2 yo mucicaro ca kabiri hamwe n’iyindi migwi 2 isanzwe ikina amahiganwa yo muntara (Championnat Local). Uku niko iyo migwi ya Delta Star na Vital’o FC yagiye iratsinda iyo yindi migwi: Delta Star: Rusizi FC 1-2 Delta Star Delta Star 5-2 Santé FC Club Matana  0-2 Delta Star Delta Star 2-0 Muzinga FC Delta Star 4-0 Olympic Star.  Vital’o FC: Kiganda City 1-12 Vital’o FC Vital’o FC 2-0 Kayanza Utd Rumonge City 0-0 Vital’o FC (Penalty 4-2) Vital’o FC 0-0 LLBS4A (Penalty 3-1) Vital’o FC 2-1 BS Dynamik
Cyclisme : Ihiganwa ryo gusiganwa ku makinga mu ntara ya Cibitoke ku rwego rw’igihugu.
Ihiganwa ryo kurwego rw’igihugu ryo gusiganwa ku makinga (Cyclisme) rigiye gutangura muruyu mwaka 2018 kuva kw’itariki 29 Ruheshi gushika itariki 1 mukakaro, rikazobera mu ntara ya Cibitoke mu ma komine 5 asanzwe ari muriyo ntara. Komine Buganda, Cibitoke, Rugombo, Nyeshenza, na Mabayi niyo makomine abanonotsi bagendesha amakinga bazo kwirukiramwo. Imigwi itandukanye n’ibitsina bitandukanye nivyo bizo kwitabira ayo mahiganwa tutibagiye n’abatarenza imyaka 23 hamwe n’abakiri  bato nabonyene bazokwitabira rino higanwa, nkuko vyashikirijwe n’umukuru w’ishirahamwe ry’abiruka ku makinga mu Burundi, Iryumugabo Patrick Arnauld, mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru hari kuruyu wa kabiri. Kubwa Patrick Arnauld ngo intumbero yariho higanwa n’ukurondera abanonotsi bazoserukira igihugu c’uburundi mu mahiganwa mpuzamakungu yimirije mu misi yimbere. Ayo mahiganwa akaba ategekanijwe kuraya magenekerezo n’ibibanza bikurikira: Itariki 29 ruheshi 2018 Hategekanijwe ko ariho amahiganwa atangura icese bakazosiganwa bava mu Cibitoke bagenda  i Buganda-Rugombo bakazogaruka mu Cibitoke aho naho hanaga n’ibirometero 42 Km, aho ni kuruhande rwabakuze, abagabo n’abigeme ndetse nabari munsi y’imyaka 23 bahurikiye mu migwi itandukanye.  Mugihe kuruhande rw’abakiri bato abahungu n’abigeme nabonyene bazosiganwa bari mu migwi bava mu Cibitoke-Rugombo-Cibitoke hangana n’ibirometero 19,2 Km. Itariki 30 ruheshi kuruhande rw’abakuze, abagabo n’abigeme ndetse na batarenza imyaka 23 bazosiganwa umumwe kugiti ciwe, bitegekanijwe ko basiganwa bava mu Cibitoki-Buganda-Rugombo na Cibitoke hangana n’ibirometero 42 Km. Mugihe kuruhande rw’abakiri bato imisore n’inkumi nabo nyene umumwe wese kugiti ciwe, bazosiganwa bava mu Cibitoke-Rugombo na Cibitoke hangana n’ibirometero 19,5 Km. Itariki 01 mukakaro 2018 kuruhande rwa bakuze, abagabo n’abigeme ndetse n’abatarenza imyaka 23 bitegekanijwe ko biruka ku mirongo, bava mu Cibitoke-Buganda-Rugombo-Nyeshenza-Mabayi na Cibitoke hangana ibirometero 106 Km. Mugihe kuruhande rw’abakiri bato bazohiganwa nabonyene ku mirongo bava mu Cibitoke-Buganda-Rugombo Nyeshenza na Cibitoke hangana n’ibirometero 66 Km. Mwomenyako uko umwaka utashe, ubu hazokwama hatungaywa amahiganwa ku rwego mpuzamakungu  mu kwezi kwa Ntwarante ku ruhande rw’abigeme hazoba Tour du Burundi bise Lady First iyi nayo ikazotumirwa abanonotse mpuzamakungu mugihe kuruhande rw’abagabo hateguwe  Tour du Burundi mwihiganwa bise Cœur d’Afrique nahonyene hazotumirwa abanonotsi mpuzamakungu  iryo higanwa ritegekanijwe mu kwezi kwa Nyakanga.
Imboneka rimwe kubamenyereza bo muri Primus Ligue, Vivier Bahati yanyeguruye amafaranga ahembwa muri Les Lierres FC.
Umumenyereza Vivier Bahati aherutse gutera umukono k’umasezerano yo kumenyereza umugwi wa Les Lierres FC ikiringo c’umwaka umwe, inyuma yo kuva mu mugwi wa Musongati FC, yarashize  ahabona atagukekeranya umushahara agiye guhembwa muruyo mugwi mugihe abamenyereza benshi bahano iwacu batubahuka kubivuga.
Mukiganiro yahaye iradio Isanganiro mu kiganiro cayo c’inkino co kuruyu wa kabiri, bamubaza ku bijanye n’umushahara yoba agiye guhembwa mu mugwi wiwe mushasha agiye kumenyereza muri Primus Ligue mu mwaka 2018-2019 wa Les Lierres, atagukekeranya, Vivier Bahati yagize ati «Ngiye guhembwa ibihumbi amajana atanu vya mafaranya ya marundi (500.000Fbu) kandi kuri jewe iryo sibanga kuko amasezerano twagiranye na Les Lierres arahari kuri FFB.»  Ivyo bikaba vyashikirijwe nuwo mumenyereza wa kera wa Musongati FC.
Mwomenyako Vivier Bahati, akiri mu mugwi wa Musongati FC wo mu ntara ya Gitega yahembwa ibihumbi amajana ane (400.000Fbu).

Umumenyereza Vivier Bahati aherutse gutera umukono k’umasezerano yo kumenyereza umugwi wa Les Lierres FC ikiringo c’umwaka umwe, inyuma yo kuva mu mugwi wa Musongati FC, yarashize  ahabona atagukekeranya umushahara agiye guhembwa muruyo mugwi mugihe abamenyereza benshi bahano iwacu batubahuka kubivuga. Mukiganiro yahaye iradio Isanganiro mu kiganiro cayo c’inkino co kuruyu wa kabiri, bamubaza ku bijanye n’umushahara yoba agiye guhembwa mu mugwi wiwe mushasha agiye kumenyereza muri Primus Ligue mu mwaka 2018-2019 wa Les Lierres, atagukekeranya, Vivier Bahati yagize ati «Ngiye guhembwa ibihumbi amajana atanu vya mafaranya ya marundi (500.000Fbu) kandi kuri jewe iryo sibanga kuko amasezerano twagiranye na Les Lierres arahari kuri FFB.»  Ivyo bikaba vyashikirijwe nuwo mumenyereza wa kera wa Musongati FC. Mwomenyako Vivier Bahati, akiri mu mugwi wa Musongati FC wo mu ntara ya Gitega yahembwa ibihumbi amajana ane (400.000Fbu).

Intamba mu rugamba U-17 yanyagiye, irakubita itababariye umugwi wa Les Lierres FC.
Murukino rwa kivandimwe rwabaye kuruyu wa gatandatu ku kibuga co mukigo kijejwe ubuhinga (CTN) umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba abatarenza imyaka 17 banyagiye imvura y’ibitsindo bi tanu kuri kimwe (5-1) umugwi wa  Les Lierres FC wo mucicaro ca mbere, usanzwe umenyerezwa na Vivier Bahati cokimwe nuwo mugwi w’intamba mu rugamba U-17 niwe ayiramutswa. Abakinyi binjirije Intamba mu rugamba zabatarenza imyaka 17 uyu musi ni: Bukuru Samir batazira Kagabo, Mugisha Axel, Nibikora Arthur asanzwe ari kizigenza w’intamba mu rugamba U-17, Iratanga Flavier hamwe na Mudengeri Athuman batazira Galon yinjije igitsindo ca nyuma caciye gihamba burundu uyo mugwi wa Les Lierres FC wo mu cicaro ca mbere. Mwokwibuka ko Intamba mu rugamba ije gukora ivyo inyuma yo gutsinda umugwi wa Rumonge City U-17 ibitsindo 4 kuri 1, hari mundwi iheze kurico kibuga nyene.
Burundi U-20, ukuguru kumwe kumaze kuja hanze y’igihugu ca Niger ahazobera CAN U-20 muri 2019.
Murukino rwa mbere rwo mwituru yanyuma yo kurondera itike yo kuja muri CAN 2019 izobera mu gihucu ca Niger, Umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba ya batarenza imyaka 20 yasinzwe n’igihugu ca Zambia U-20 igitdindo kimwe ku busa (1-0). Mururwo rukino rwabereye mu gihugu ca Zambia ku kibuga citwa Nkoloma Stadium kuruyu wa gatandatu, nuko ivyo bihugu vyose vyagerageje gukina mu gice ca mbere ndetse bija mukaruhuko bikiri (0-0), ariko mu gice ca kabiri Zambia ironka igitsindo murico gice gutyo ibikesheje umusatirizi wa bo azwi kw’izina rya Lameck Banda asanzwe akinira umugwi wa Zesco United, urukino rurangira Zambia U-20 ikoresheje neza ikibuga co muhira mu gutahukana itsinzi yico gitsindo kimwe ku busa bw’intamba mu rugamba U-20 (1-0). Intamba mu rugamba bizoyisaba gukora bihagije mu rukino rwo gusubiriza ruzoba  inyuma y’indwi imwe gusa aho uzokwakira igihugu ca Zambia U-20 ku kibuga Urukundo mu ntara ya Ngozi bikazoyisaba ko itsinda 2 canke birenga ku busa kugira ngo ironke uburenganzira bwo kuja mu nkino z’igikombe ca Afurika zabatarenza imyaka 20 zizobera mu gihugu ca Niger muri 2019.
Abdoul Razaq Fiston arabeshuza amakuru yatanzwe n’umugwi wiwe wa Zawra’a Sport Club avuga ko se wiwe yitavye umuremyi.
Umusatirizi akomeye cane asanzwe akinira umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba Abdoul Razaq Fiston asanzwe akinira umugwi wa Zawra’a Sport Club wo mugihugu ca Iraq, arabeshuza amakuru yatanzwe n’uyo mugwi wiwe ubicishije kuri Page Facebook yuwo mugwi, amakuru yavugako se wiwe yitavye umurenyi.                                  Zawra’a Sport Club bari banditse kuri Page facebook yabo. Abdoul Razaq Fiston ivyo akaba  yabibeshuje kuruyu wa kane mw’ijoro rishira uyu wa gatanu avugako habaye ukutumvikana ururimi hagati ya bayobozi ba Zawra’a Sport Club  kuko yababwiye ko se wiwe arwaye kandi ararevye gutyo bamuhe uruhusha rwo kuza kumuraba, ariko bobo batahura ko se wiwe yitavye umurenyi gutyo baja no kuvyandika kurubuga ngurukana bumenyi bwuwo mugwi bwa Facebook. Fiston abandanya amenyesha ko ahura n’ingorane zidasanzwe mu mugwi wiwe ahanini kubijanye n’ururimi, avugako indongozi zuyo mugwi icongereza kibagora gutahura ni mugihe uyo mugwi wo mugihugu ca Iraq usanzwe ukoresha cane ururimi rw’icarabu. Abdoul Razaq Fiston yamenyesheje kandi ko yaje gusanuka igihe abayobozi b’umugwi wiwe bamuhamagaye kugira ngo bagirire se wiwe igisabisho canyuma ico bita « Dua » niko guca amenye ko ivyo yabasiguriye batavyumise neza. Niko guca abasigurira neza abamurongoye muri Zawra’a Sport Club, ko atababwiye yuko se wiwe yitavye umurenyi ahubwo arwaye cane kugira bamuhe uruhusha rwo kuza ku muraba.
Musongati FC yasinyishije umukinyi yahora muri Vital’0 FC.
Mw’ijoro ryo kuruyu wa gatatu niho umugwi wa Musongati FC washize ahabona ko wagiranye amasezerano n’umukinyi Kasindi Joseph batazira « Jeff » yahora akinira umugwi wa Vital’0 FC. Kashindi Joseph aje kwiyongera mu bandi bakinyi benshi bamaze  kugirana amasezerana na Musongati FC nka: Akimana Trésor na Fabrice Girukwishaka Fafa yahora muri Olympic Star. Kashindi Joseph mu mwaka uheze yakinira umugwi wa  Vital’0 FC yawukiniye  ikiringo c’umwaka umwe uburero akaba yungururije muri Musongati FC. Umugwi wa Musongati FC ubaye umugwi wiwe ugira kane Kashindi Joseph amaze gucamwo. Amaze guca mu migwi nka Inter Stars, LLB na Vital’0 FC.
Inter Stars izokina Ligue B ariko ikagura abakinyi bibihangange bo muri Primus Ligue.
Umugwi wa Inter Stars uzokina ihiganwa ryo mucicaro ca kabiri, Ligue B mu mwaka uza urabandanya wikomeza mu kugura abakinyi batandukanye bibihangange basanzwe bakina icicaro ca mbere muri Primus Ligue Burundi. Inyuma yo kurondera Nahimana Shassir baramubura kuberako yabasavye ico bo bise amananiza ashima kwigira muri kiyovu Sports   noneho yahavuye ironka umukinyi w’inyuma afise izina rikomeye cane Burundi, Rugonumugabo Stéphane. Kuruyu wa kabiri mu masaha y’ijoro niho umugwi wa Inter Stars washize ahabona ko basinyishije umukinyi w’inyuma yahora akinira umugwi wa LLBS4A, Rugonumugabo Stéphane aze gufasha uyo mugwi ufise inyota yo kugaruka mu cicaro ca mbere, Primus Ligue Burundi. Rugonumugabo Stéphane inyuma yo guca mu migwi itandukanye nka Aigle Noir, Flambeau de l’est, Vital’0 FC na LLB birumvikana ko muruyu waka azokina icicaro ca kabiri Ligue B yambaye umwambaro wa mabara yirabura nayere Inter Stars canke Inter Mabawa. Inter Stars ikaba kandi yarashize ahabona abandi bakinyi nka Chuwi Lewis yahora akinira iyo mugwi nyene kera. Uhereye iburyo ni Chuwi Lewis, Taraq na Rugonumugabo Stéphane
Yvan Rugumandiye agiye gukinira umugwi uzokina Primus Ligue Burundi.
Umunyegori yahora asamira umugwi wa Mbao FC wo mugihugu ca Tanzaniya, Rugumandiye yvan agiye gukinira umugwi wa Kayanza United wo mu ntara ya Kayanza uherutse kuduga mu cicaro ca mbere. Amakuru dukesha abegereye uyo munyegori wa kera wa Musongati FC atumenyesha yuko umugwi wiwe wamureze wa Kavumu FC washimye kumugurisha burundu mu mugwi wa Kayanza United ayo makuru nyene akabandanya amenyesha ko uyo munyegori yoba yagurishijwe burundu muruyo mugwi ku kiguzi c’imiriyoni hagati ya 2 na 3 za mafaranga ya marundi. Mwomenyako Rugumandiye yvan yasamiye umugwi wa Mbao FC ikiringo c’umwaka umwe ntarengwa kuko yagiye muruyo mugwi avuye muri Musongati FC hari mu mwaka w’inkino wa 2016-2017. Rugumandiye yvan, umugwi wa Kayanza United urashobora kuba umugwi wiwe ugira gatandatu agiye gukinira, inyuma yo guca mu migwi itandukanye nka Mbao FC, Musongati FC, Muzinga FC, Flamingo FC hamwe na Kavumu FC umugwi wiwe wamureze. Yvan Rugumandiye mu mugwi wa Mbao FC mu gihugu ca Tanzania
Bumamuru FC yahambije imigwi ya Rukinzo FC na Kayanza United mukuja muri Primus Ligue Burundi .
Inyuma yo kuronka uburengazira bwo kuja mu cicaro ca mbere muri Primus Ligue Burundi ku migwi ya Rukinzo FC na Kayanza United, kuruyu wa kabiri hamenyekanye umugwi wa Bumamuri FC wo mu ntara ya Cibitoke wahambije iyo migwi inyuma yo gutsinda  umugwi wa Les éLéphants FC kuri penaty 5 kuri 4, murukino rwa majonjora (Barrage). Murukino rwa mbere Bumamuru FC yari yatsinze Les éléphants,(1-0) yari imuhira iwabo kukibuga urunani mu ntara ya Cibitoke ni mugihe naho nyene kuruyu wa kabiri Les éléphants FC yatsinze  Bumamauru FC nayonyene iri iwayo i Bubanza igitsindo (1-0) gutyo inkino 2 baba baranganije itsinzi imwe kuyindi baca bikora kuri za penalty Bumamuru FC yinjiza 5 Les éléphants FC binjiza 4. Bumamuru FC, Kayanza United hamwe na Rukinzo FC ikaba ije gusubirira imigwi ya Delta Star, Inter Stars na Les jeunes Athletics yakorokeye mu cicaro ca kabiri Ligue B.
Intamba mu rugamba U-17 urutonde rw’abakinyi 18 bazokwerekeza muri Zambia bashizwe ahabona.
Kuruyu wa kabiri niho umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba za batarenza imyaka 20 Joslin Bipfubusa yasohoye urutonde rw’abakinyi icumi n’umunani (18) azokwifashisha mu rukino azotana mu mitwe n’umugwi nserukira gihugu wa Zambiya wabatarenza imyaka 20 mu rukino rwa mbere rwo kurondera itike yo kuja muri CAN 2019 izobera mu gihugu ca Niger. Bikaba vyitezwe ko kuruyu wa gatatu bazoca burira indege izobajana mu gihugu ca Zambiya. Urutonde rwabo bakinyi naba bakurikira: 1. RUKUNDO Onésime
2. NDUWIMANA Haile Shalom
3. SELEMAN Moustafa
4. MURYANGO Moussa
5. NDORIYOBIJA Eric
6. HAKIZIMANA Héritier
7. BIGIRIMANA Ramadhan
8. NDAYE Chancel
9. MBIRIZI Eric
10. MURYANGO Mabano Shabani
11. NSHIMIRIMANA Jospin
12. NTIRWAZA Sudi
13. DJUMA Muhamedi
14. KANAKIMANA Bienvenue
15. RAMADHAN Pascal
16. SHAKA Bienvenu
17. BRANDON Taylor Anscombe Chebby
18. MAVUGO Cédric Mwomenya ko umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba U-20 niyavyitwaramwo neza mu nkino zi biri zizoyihuza na Zambiya izoca ironka uburengazira bwo guserukira uburundi muri Niger muri 2019.
Amakuru y’inkino y’ikinyamakuru magaratimes, yo kuruyu wa mbere itariki 09 Mukakaro 2018.
Amakuru y’inkino y’ikinyamakuru magaratimes yo kuruyu wa mbere, itariki 09 Mukakaro 2018 agizwe n’ingingo nkuru nkuru zikurikira: Ihiganwa ry’umupira wa maboko (Basket-ball) muri ACBAB indwi ya 4 y’inkino zo gusubiriza aho Urunani yatakaje imbere ya Kern. Inkizo za volley-ball mu gikombe citiriwe umukuru w’igihugu zarakinywe mu mpera zino ndwi, Bisoro itsindwa na Bun. Intamba mu rugamba za batarenza imyaka 17 zarakosoye Rumonge City U-17 mu rukino rwa kivandimwe. Shassir Nahimana amaze kuronka uyundi mugwi mu gihugu c’Urwanda. Cecafa Kagame Cup Simba na Gormahia zararonse uburengazira bwo kuja mugice ca kabiri gishira icanyuma. Umugwi nserukira gihugu wa Espagne yazanye umumenyereza wa kera wa FC Barcelona. Ibihuha vyigura n’igurishwa ku mugabane wa buraye ndetse n’amakuru avurwa mu gikombe c’isi yose ayo n’ayandi  ikaze mw’ido n’ido ryaya makuru. Sport 09 Juillet 2018
Intamba mu rugamba U-17 wahushuye utababariye umugwi wa Rumonge City U-17.
Umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba za batarenza imyaka 17 wanyagiye imvura y’ibitsindo bine kuri kimwe (4-1) umugwi wa Rumonge City U-17 wo mu ntara ya Rumonge.                                                       Intamba mu rugamba U-17 ku kibuga ca CTN  Murukino rwa kivandimwe rwahujije umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba za batarenza imyaka 17 hamwe na Rumonge City U-17 rwabaye kuruyu w’imana, ku kibuga co mukigo kijejwe ubuhinga mu Burundi (CTN) kiri muri zone Ngagara mu gisagara ca Bujumbura, urwo rukino rukaba  rwarangiye kunsinzi y’umugwi w’Intamba mu rugamba U-17 y’ibitsindo 4-1 bwa Rumonge City.                                                 Umugwi wa Rumonge City U-17 ku kibuga co kuri CTN. Mwomenya ko umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba za batarenza imyaka 17 kuva aho waviriye muri CECAFA U-17 mu kwezi kwa Ndamukiza, nuko waregeranijwe hamwe uba murico kigo nyene (CTN), ukaba kandi ubandanya  ukina inkino za kivandimwe n’imigwi itandukanye ndetse uyo mugwi nyene ukaba usanzwe ukina mwihiganwa ryo mucicaro ca 3 (3è Division) yo mugisagara ca Bujumbura mu ntumbero yo gukomeza urwo rwaruka ruzoba Intamba mu rugamba zabakuze mu myaka y’imbere.
Bumamuru FC iratanguye kwimotereza  Primus Ligue Burundi, inyuma yo gutsinda Les éléphants FC.
Murukino rwa mbere rwa majonjora rwakinywe kuruyu wa gatandatu ku kibuga Urunani mu ntara ya Cibitoke, rwahujije umugwi wa Bumamuru FC wo ntara ya Cibitoke hamwe na Les éléphants FC yo mu ntara ya Bubanza mu ntumbero yo kurondera itike yo kuva mu cicaro ca kabiri, Ligue B, kuja mu cicaro ca mbere muri Primus Ligue Burundi. Urukino rukaba rwarangiye kutsinzi y’umugwi wa Bumamaru FC y’igitsindo kimwe kubusa bwa Les éléphants (1-0). Bumamuru FC ikaba ya koresheje neza ikibuga co muhira kuko mu misi ibiri itarenga Les éléphants nayo nyene muhira i Bubanza izokwakira Bumamuru FC mu rukino rwo gusubiriza. Tubibutse ko hagati ya Bumamuru FC na Les éléphants FC umugwi uzakuronka itike yo kuduga icicaro ca mbere ivuye mu ca kabiri, uzoba uhambije Rukinzo FC yabaye iyambere w’itsinda A mugihe Kayanza United yabaye iyambere mw’itsinda B gutyo ibe imigwi itatu iheze isubirire imigwi ya Les Jeunes Athletics, Inter Stars na Delta Star yakorotse icicaro.
Musongati FC yongereje amasezerano Trésor Akimana, yongera izana Fabrice Girukwishaka.
Umugwi wa Musongati FC wo mu ntara ya Gitega, washize ahabona kuruyu wa gatanu, itariki 06 Mukakaro uyu mwaka nyene, ko wongereje amasezerano umukinyi  Trésor Akimana yahora akinira uyo mugwi nyene akaba agiye kubandanya akinira Musongati FC umwaka wiwe wa kabiri wikurikiranya, inyuma yo kuva muri Vital’0 FC mu mwaka w’inkino wa 2016-2017. Girukwishaka Fabrice batazira «Fafa» yahora akinira umugwi wa Olympic Star nawe nyene akaba  yasinye amasezerano yo gukinira umugwi wa Musongati FC ikiringo kitamenyeshejwe. Mwomenyako abo bakinyi babiri baje biyongera mu bandi bakinyi batari bake umugwi wa Musongati FC wamenyesheje ko wagiranye nabo amasezerano.
Amakuru y’inkino aryoshe y’ikinyamakuru MagaraTimes ko kuruyu wa gatatu.
Ikinyamakuru canyu MagaraTimes cabateguriye amakuru y’inkino aryoshe cane yo kuruyu wa gatatu, itariki 04 mukakaro 2018.   Ingingo nkuru nkuru zigize kino kiganiro nazo n’izi zikurikira: Turahera hano iwacu aho umugwi wa Transport FC wo mucicaro ca kabiri umaze kwakwa ikibanza ca kabiri kigahabwa Bumamuru. LLB yaserukiye uburundi muri Cecafa Kagame Cup inyuma yo gutsindwa na Port noneho yanganije. Amakuru avurwa mugikombe c’isi yose kiriko kibera mu gihugu c’uburusiya uko vyifashe n’ukuntu ibihugu bigiye guhura nuko bizohura no mugice ca kabiri gishira icanyuma. Ibihuha bivurwa kw’igura n’igurishwa ry’abakinyi iburaya, Christiano Ronaldo muri Juventus, umugambi ugomba guhirikwa na Man Utd. Real Madrid irabeshuza kuvya ivuzweko ko yoba yipfuza Kylian Mbappé. Inter De Milan ibandanya izana abakinyi batari bake. Ayo n’ayandi menshi ni muri kino kiganiro ngaho hasi mwateguriwe na Www.magaratimes.com mu kagishikirizwa nanje Ismail Kwizera Nahodha.
PSG yipfuza guha umushahara mwinshi cane N’Golo Kanté kugira ngo imukure muri Chelsea.
Ntibikiri ibanga, umugwi wa Paris St Germain uripfuza umukinyi wo hagati wo kuruhande rwo kuzibira. Umukinyi PSG yashize imbere n’umukinyi wa Chelsea, N’Golo Kanté afise imyaka 27. Nkuko tubikesha ikinyamakuru Paris United.  Umuyobozi ajejwe inkino mu mugwi wa Paris St Germain, Antero Henrique biravurwa ko yoba amaze kwumvikana n’uwuserukira N’Golo Kanté ndetse umushahara ungana n’imiriyoni 15 za manyaburaya niyo bumvikanye ko uyo mukinyi wiwe azohembwa ku mwaka mugihe yokwemera kuza muruyo mugwi. Nkuko ico kinyamakuru nyene kibandanya kibimenyesha. Nubwo biruko ico kinyamakuru kibandanya kimenyesha kandi ko ivyigurwa ryuyo mukinyi muri Paris St Germain bikiri kure gatoyi, kubera ko uyo mukinyi atarafata ingingo kubijanye n’akazoza kiwe muri Chelsea kandi ko yipfuza kuzoganira n’umumenyereza mushasha wa Chelsea ashobora kuba Maurizio Sarri, inyuma y’igikombe c’isi yose 2018. Chelsea nayo ikaba itipfuza kuvuga kuvyerekeye akazoza kuyo mukinyi wabo mugihe  Chelsea itaragena icese umumenyereza mushasha yoza gusubirira Antonio Conte.
#Burundi #Rumonge #Music: Arnovic yaraye atahukanye Izere Award 2019.
Umuririmvyi Arnovic avuka ku Mugara muri zone Gatete intara ya Rumonge
niwe yaraye atahukanye ikibanza ca mbere mw’ihiganwa ry’umuziki ritegurwa na
Radio Izere FM ikorera mu ntara ya Rumonge kubaririmvyi bavuka muriyo ntara
canke baba muriyo ntara. Arnovic n’indirimbo yiwe yise « Ndayafise » niyo ya mugejeje ku ntsinzi arushije abandi bahiganwa muriryo rya Izere Award 2019. Arnovic akaba atahukanye agashimwe kangana namafaranga umuriyoni wamarundi. Uku niko
bagiye bararushana gushika ku bibanza bine 4 vya mbere. 1. Arnovic
2. Tigger Brizz
3. DYD
4. Bill Days. Twobibutsa yuko Arnovic aciye asubirira Tissa Lonick yari yatahukanye
ako gashimwe mu mwaka w’2018 mugihe Msamaria Danielo ariwe yatanguye
kugatahukana umbwa mbere mu mwaka w’2017.
#Burundi #Music: Laurette Tetero niwe yaraye atahukanye Primusic 2019.
Ihiganwa rya Primusic ritunganywa buri mwaka n’ishirahamwe rihingura ibinyobwa mu Burundi Brarudi iryuno mwaka w’2019 ryaraye ritahukanywe n’umuririmvyikazi, Laurette Tetero umwigeme w’imyaka 19 yaserukiye igisagara ca Bujumbura ndetse aherutse kurangiza amashure yisumbuye kuri Lycée Saint Esprit. Tetero akaba yatahukanye agashimwe kangana imiriyoni 25.000.000 zamafaranga yamarundi. Abandi baririmvyi bamukurikiye
hamwe n’amafaranga bagiye bararonka naba bakurikira ni:
2. Dusabe Eloi/ 5.000.000 Fbu
3. Kaze Sosthène/ 3.000.000 Fbu
4. Tubone Cédric/ 2.500.000 Fbu
5. Mfisumukiza Bonke 2.000.000 Fbu
6. Munezero Arnet 1.500.000Fbu Munezero
Arnet / 1,500,000Fbu
#Burundi #Music: Kidumu Yanditse Amajambo Ahayagiza Fizzo Ariko Kandi  Atibagira na Lolilo.
Umurirrimvya rurangiranwa mu Burundi, Jean Pierre Nimbona batazira Kidumu, yanditse amajambo kuri Status yiwe ya whatsapp, kuruhande rumwe ahayagiza Fizzo ariko kandi atibagira Lolilo. Kurundi ruhande atanga ubutumwa ku muntu yise « Uwutera induru ».  Ayo majambo muri kano kanya ariko avugisha abantu benshi bibaza ico yashatse gushikako.  Kuri Status yuwo muririmvyi w’umurundi aba mugihugu ca Kenya,  afise ubushobozi bwo gukora umuziki  wa live; yashizeko ifoto ya Fizzo arikumwe n’uwundi mu muntu ikurikizwa n’amajambo ari mucongereza aho yagize ati: “Mfatira Umwana wanje neza. Uwutera induru aragoye. Gerageza umundabire neza. Uwutera indure nawe mumureke abandanye arota nivyo aguma avuga. Numuririmvyi mwiza w’ibihe vyose (Fizzo) inyuma yiwe hariho Lolilo».    Ibibazo ni vyinshi vyibazwa kubijanye nayo majambo mugihe Kidumu aho arukiye i Burundi yavuze kandi ayandi majambo akomeye cane yoguca intege urwaruka rukora umuziki muri kino gihe ndetse akaba yaragiranye umubano mubi na Sat-B,  gushika aho bagumye bishurana kumbuga ngurukana bumenyi amajambo atameze neza. Munyuma baje kugaragara ku kibuga c’indege i Bujumbura bifotoza barikumwe. Bamwe baribaza bati mutama (Kidumu) ntiyoba ariko arasezera umuziki abwira abantu ko Fizzo na Lolilo aribo baririmvyi ? mugihe abandi bibaza ko yoba abwiye uwo yise  « Uwutera  induru » avugako ashoboye umuziki ariko kuriwe akabona ko abo babiri nibo bashoboye gusa ?. Uwo yise « Uwutera Induru » wewe ninde ?
#Burundi #Music: Ivyo Munkono Kwa B-Bright Vyahiye Hasigaye Ko Turya.
Hari hamaze iminsi hagaragara amafoto kumbuga ngurukana bumenyi yerekana umwanditsi w’indirimbo Titanic ariwe B-Bright Acapella ariko arakora video benshi batamenye iyariyo. Twagerageje gushaka kumenyevyinshi kuvyerekeye ayo mafoto  hamwe nico gikorwa icarico, twaciye twegera B-Bright kugira ngo ayatangireko insiguro, atumenyesha ko ibiri mu nkono iwe bisa nibimaze gusha hasigaye ko dufungura.  “Ego iyo ni video y’indirimbo nshasha kandi ntabanga ririmwo ubu vuba cane ngiye kuyirekura kandi izina ryayo yitwa NO bisigura  guhakana. Niyo ndirimbo ubu vuba ngiye kubaha ngo dusangire”.    Twashatse kumenye umudiho izoba irimwo ndetse nico ivuga B-Bright akaba yamenyesheje ko izoba iri muri mu mudiho wa Afro Pop ivuga kubijana n’urukundo nkuko asanzwe abikora. “Indirimbo iri mu mudiho wa afro pop kandi ivuga kubijanwe n’urukundo kabisa nkuko bisanzwe”.  Umwanditsi w’indirimbo ChouChou ariyo aherutse gusohora avuga kandi ko atakira wa B-Bright twari tumenyereye  yakora indirimbo zitagira ama video. Yamenyesheje kandi igituma yafashe iyo nzira ngo nuko amaze kubona inyugu yivyarimwo. “Nashatse guhinduka kuko umuririmvyi ni vyiza ko aguma ahinduka kuko ntushobora kuguma uri wawundi nyene. Igituma mpinduka nikubera ko maze kubona intambwe nateye, naniyo mpamvu nashimye guhinduka. Ibikorwa vyanje ubu novugako bimpa amafaranga niyo mpamvu ntegerezwa gukorera umuziki. Ndawushiramwo amafaranga kugira ngo nawo umpembe”.  Video y’indirimbo Titanic niyo yatumye Acapella abona ko harimwo itandukanyiro ryo gukora audio nogukora video. Avuga ko arico catumye n’abantu benshi bamumenya. “Vyukuri kuva aho nakoreye video ya Titanic narabonye ko harimwo itandukaniro n’igihe na kora audio gusa itagira video. Video y’indirombo ya Titanic wasanga nciye mw’ibarabara ukumva abantu babwirana ngo nuyo wawundi haba abakuze n’abana. Abantu batari bwamenye niho bamenyeye kuko bahora banyumva gusa. Kera ndenganye nabacako batanzi ariko kuva igihe nasohoreye video ya Titanic yatumye ngurisha ishusho ryanje kubantu nabo baramenya.” Mwomenyako B-Bright Acapella ari umwe mu baririmvi muri kino gihe asigaye ari rimba indirimbo z’urukundo.
#Burundi #Music: « Channy Queen Arazi Kuririmba, Arafise Ishusho y’Umuririmvyi ».
« Channy Queen Arazi Kuririmba. Arafise Ishusho ry’Umuririmvyi ».  Ivyo bivurwa n’umwanditsi w’indirimbo Guitar, Niyonzima Nassor Salum batzira « Lolilo » canke “Simba” mukiganiro yahaye DJ Fanny TV 257. “Ndashobora gukorana Indirimbo na Channy Queen kuberako azi kuririmba. Jewe ndaba umuntu azi gukora akazi, ndaba umuntu azi kuririmba apana umuntu akoresha amahera kugira ngo amenyekane canke umuntu arondera abamuvuga kugira ngo bamumenye oya. Jewe ndaba akazi umuntu akora Channy Queen arazi kuririmba. Channy Queen arafise ishusho ry’umuririmvyi. Channy Queen arazi guhagarara neza kuri stage. Uramvyumva ko mugihe umuntu yoraba umuririmvyi kazi azi kuri rimba uyo niwe yohabwa ako kazi.”  Hambavu yokuba Lolilo na Channy Queen bafitaniye umwana umwe w’umwigeme Rahma nubwo batagikundanye ubu. Basanzwe kandi bahuriye muri Rweza Group Campany risanzwe ribafata mu mugongo.

#Kenya: Umuririmvyi Rose Muhando ngo Yafashwe n’amadayimoni Amubuza Gukorera Imana.
Photo: Rose Muhando / ZUMI Kenya. Nkuko tubikesha ibinyamakuru bitandukanye vyo mu gihugu ca Kenya bivugwako Rose Muhando, umuririmvyi rurangiranwa w’umu Tanzaniya yafashwe n’amadayimoni atuma yomokera mu gisagara ca Nairobi arata amatunga yiwe n’umuryango wiwe muri Tanzaniya. Muma sanamu yagiye ahabona ku mbuga ngurukana bumenyi, biboneka ko Rose Muhando yari mu Rusengero « Neno Evangelism Centre » mu gisagara ca Nairobi ariko arasengegwa n’umuvugabutumwa rurangiranwa Musenyeri James Ng’ang’a. Mugihe Musenyeri James Ng’ang’a yariko arasengera umuririmvyi Rose Muhando kugira ngo amadayimoni yari amuboshe amuvemwo, bigaragara yuko Rose Muhando yariko arakumbagara hasi amadayimoni amuvugiramwo kandi asigura icatumwe amutera n’wayatumye ngo amutere gushika aho ubuzima bwiwe buhinduka ubuteyi ikigongwe ku bantu bari basanzwe bamuzi kandi bamwubahira umwuga wiwe wo gukorera Imana mu ndirimbo. Rose Muhando, w’imyaka 42 yamavuka, yari amaze amezi ashika kuri 3 ataboneka mu hira iwiwe kubera amadayimoni yamwomoye, arangara aja kure y’umuryango wiwe. Rose Muhando aranavuga ko yananiwe no kurihira abana amahera y’ishure. Arongera aravuga Rose ko umuyobozi wiwe w’indirimbo ariwe ashaka kumwica kugira amusubirize n’uwundi mukobwa mu mwuga wo kuririmbira Imana. Mwomenya kandi ko uwo muririmyi Rose Muhando amaze igihe gitari gito yisanga ari mu bibazo bitandukanye aho binavugwa ko, mu myika itatu iheze, yoba yarakoroye inda yarimaze kugira imezi ashika kuri 7 ariko Rose Muhando, we, gushika uno musi abandanya abihakana ko atarivyo ivyo vyo gukorora inda abishatse, avuga ko inda yiwe yakorotse kubera yari afise ibibazo vy’indwara. « Nk’umuntu uzi Imana kandi utinya Imana ukongera ugakorera Imana, uba uzi ko kwica ari icaha, kandi no gukorora inda ari icaha, » nikwo Rose Muhando yishuye igihe yariko yisigura kuvyamushikiye igihe inda yiwe yari ikuze yakoroka. Ubuzima mwa Rose Muhando bwahuye n’amageragezwa menshi muriy’imyaka ishize kuko kenshi yisanze ari mu makuru y’ibinyamakuru bitandukanye kubera ibintu bitangaje biguma biba mu buzima bwiwe mugihe abantu bari bamwitezemwo ingendo n’ibikogwa vyiza nk’umuntu akorera Imana kandi akongera akigisha ibijanye n’agakiza mu ndirimbo ziwe zihayagiza Imana. Biravugwa yuko ikigo kijejwe gucungera no gufasha abaririmvyi bari mu bihe bigoye co muri Tanzaniya coba camutumyeko kugira aje i Dar Es Salaam bamufashe mu kuronka infashanyo zibereye muri bino bihe bitoroshe arimwo. Ivyo babikora mu ntumbero kugira ngo barabe ko yokira hanyuma ngo asubire mu mirimo yiwe ya misi yose abantu benshi basanzwe bamukundira.
#Tanzania: Wema Sepetu Yirukanwe mu Nzu kubera Kunanigwa kuriha Indaro.
Photo: Wema Sepetu / Instagram. Umukinyi wamareresi akundwa cane mu gihugu ca Tanzania no mu karere k’Afurika yo mu Buseruko, Wema Isaac Sepetu, azwi cane nka « Wema Sepetu », aheruka kwirukanwa mu nzu kubera ibibazo vy’amahera yo kuriha inzu (indaro) yarasanzwe akose. Wema Sepetu, w’imyaka 30 y’avuka, asanzwe ari igihangange mu gukina amareresi yo mu rurimi rw’igiswahili kandi asanzwe anandika akongera agategura amareresi, yahora akose inzu yabamwo mu bice vya Salasala mu gisagara ca Dar Es Slaam muri Tanzania. Salasala ni imwe mu mihingo ibamwo abantu bafise amikoro manini mur’ico gisagara c’umugwa mukuru w’ubudandaji ca Tanzania. Nkuko tubikesha ibinyamakuru vyinshi vyo mu karere, uyo munyamareresi amaze imisi ari mu bibazo bitoroshe vy’amahera kuva aho afatiwe ibihano na Leta ya Tanzaniya vyo kudasubira gukina ireresi ayariyo yose mu gihugu ca Tanzania bivanye nimyifato itajanye n’akaranga yerekanye mu mashusho yagiye ahabona mu misi iheze. Ivyo bihano bikaba bitazwi gihe bizoherera. Akaba yaranapfunzwe ariko aca ararekugwa ivyagateganyo inyuma yo gutanga ingwati ingana n’imiriyoni 10 y’amafranga y’Amatanzaniya. Wema Sepetu yitezwe kurenguka kandi ku ndwi iza ku musi wa Kabiri muri Sentare y’Intango ya Kisutu mu gisagara ca Dar Es Salaam aho azoba agiye kwitaba kurivyo birego yagirizwa. Photo: Wema Sepetu / Instagram. Amaze amezi atari make atariha inzu yabamwo i Salasala, Wema Sepetu yirukanwe munzu yongera asabwa kuyivamwo mu maguru masha. Niho yatekera utwiwe araheza arasohoka mu mutwenzi atanumwe aravyuka mu babanyi kugira yikingire agatwengo. Nkuko abasokuru bayamaze bati: « urutugu rurakura ariko ntirusumba izosi », ubu Wema Sepetu yasubiye gusaba indaro kwa nyina wiwe umuvyara asanzwe aba ngaho nyene mu gisagara ca Dar Es Salaam mu bice vya Sinza. Amakuru avugwa cane kandi yashimishije benshi nuko nyina wiwe yamwakiriye neza n’umutima w’umuvyeyi naho bivugwa kandi ko bari bamaze imisi badahuza. Amakuru abandanya adushikira nuko Wema Sepetu yari asanzwe afise umubano mubi cane n’abenegehugu bo mu micungararo ya Salasala kuko bamwagiriza yuko yari acumbikiye abakora imibonano yabasangiye ibitsina kandi akongera agatera urwamo rw’imiziki yavuza kwiradiyo. Ivyo navyo bikaba bitashimisha benshi mu babanyi biwe.
Izere FM Rumonge/ Tissa Lonick umwami wa Izere Award 2018.
Umuririmvyi Tissa Lonick asanzwe aririmba indirimbo ziri mu mudiho wa rege, niwe  yatahukanye agashimwe ka Izere Award 2018, agashimwe gatangwa na Radiyo Izere FM Ijwi ry’iterambere rusangi isanzwe ikorera mu ntara ya Rumonge, ikagatanga kubaririmvyi basanzwe bavuka muriyo ntara.  Izere Award igira kabiri, yabaye kuruyu wa gatandatu mu ntara ya Rumonge ku kibuga Izere Stadium, Tissa Lonick n’indirimbo yiwe yise « Sikobizohora » niwe yabaye uwambere kubahiganirwa ako gashimwe bashika kw’icumi n’icenda (19). Tissa Lonick atahukanye ikibanza ca mbere akaba yaronse umuriyoni w’amafaranga ya marundi 1.000.000 fbu, mugihe mu mwaka uheze yari yafashe ikibanza ca 2. Arnovic n’indirimbo yiwe « Pole Pole » yatahukanye ikibanza ca 2 akayaronse ibihumbi amajana indwi 700.000 fbu, Famous n’indirimbo yiwe « Ikibajou » afata ikibanza ca gatatu n’ibihumbi amajana ane 400.000fbu, Nina Burundi umwigeme umwe yari muriryo higanwa yahukana ikibanza ca 4 n’indirimbo yiwe « Uri uwagaciro »  hamwe n’ibihumbi amajana abiri 200.000 fbu. Super Huff yatahukanye ikibanza ca 5 n’indirimbo yiwe « Mushikanje ». Twobibutsa ko Izere Award y’umwaka uheze yatahukanye Msamariya Danielo.
Lolilo asaba abaririmvyi kubandanya bamuroga ariko ntaco bazoshikako.
Umuririmvyi w’umurundi, Niyonzima Nassor Salum benshi bazi kw’izina rya « Lolilo », Lizzo.Com canke Simba, asaba abaririmvyi kubandanya bamuroga akongera akabasaba kubwira n’abarozi babo kwongereza uburozi bamuroga ariko ntaco bazoshikako kubera ko arikumwe n’Imana. « Ndazi impamvu nagize isanganya, abasani (Abaririmvyi) bagenzi banje barakora uko bashoboye kwose kugira ngo nje hasi, barakora uko bashoboye kwose kugira maramare, barakora uko bashoboye kwose kugira mpfe, ariko ntabwo banshoboye kuberako ndi kumwe n’imana, icarico cose bazokora ntaco bazoshikako, ahubwo bazobwire abarozi babo bongereze uburozi ntaco nzoba kuko ndi umuntu w’imana kandi imana irikumwe nanje ».  Ivyo akaba abivuze inyuma yaho agiriye isanganya avuye mu ntara ya Gitega kugira igiteramwo hari kuruyu w’imana, igiteramwo yaronsemwo abantu benshi cane, ivyo bigatuma abandi baririmvyi baterekwa kubona ateye imbere gusumba ngaho, nkuko yabandanije abimenyesha. Lolilo canke Lizzo.Com kuriryo sanganya ntaco yabaye kiretseko umuduga wiwe ariwo wononekaye.
Messager Ngozi FC yabateguriye ikirori ca gakura, Peace And Love nabo bazoryosha ico kirori.
Mu ntumbero yo kwigina itsinzi y’igikombe ca Primus Ligue Burundi 2017-2018 irikumwe na bakunzi bayo, Messager Ngozi FC yabateguriye ikirori ca gakura kizobera mu ntara ya Ngozi kuruyu wa gatandatu itariki 28 Mukakaro 2018.  Ico kirori kizoteramishwa n’umugwi w’umuziki Peace and Love basanzwe baririmba indirimbo za Karaoke, Ico kirori kikazobera ahitwa kuri salle Nazareth (kurya Mivo), Abategetsi, abanditsi n’abamenyeshamakuru batandukanye bakaba batumiwe murivyo birori. Kwinjira n’amafaranga ibihumbi bi tanu (5000Fbu). Messager Ngozi FC ikaba iteguye ico kirori inyuma yo gutwara igikombe cabo ca mbere ca Primus Ligue Burundi kuva ugitangura gukina mu cicaro ca mbere muri 2012. Mwomenyako Umugwi wa Messager Ngozi FC ariwo uzoserukira igihugu c’Uburundi mu nkino zi migwi yatwaye amahiganwa yo mubihugu vyabo, CAF Champions League ku mugabane wa Afrika.
Mambo sawa By Tigger Brizz
Inyuma yo gusohora indirimbo So Much, aca yigira mu gacerere kadasanzwe aho yamaze amezi atari make ari mugacerere umuririmvyi Tigger Brizz, yahavuye ava mu gacerere kuruyu w’imana aho yashize ahabona akaririmbo kiwe gashasha kavuga kubijanye n’urukundo  yise « Mambo Sawa »
#Burundi #Choléra: Abantu 235 nibo bafashwe n’indwara ya Choléra.
Nkuko
bishikirizwa na Muganga Thaddé Ndukumana, Umushikiranganji w’amagara y’abantu,
abantu 235 nibo bafashwe n’ikiza c’indwara ya Cholera, ivyo akaba
yabimenyesheje mu kiganiro yagiranye n’abanditsi n’abamenyeshamakuru, kuri wa
gatatu.     Muri ico kiganiro n’abamenyeshamakuru, Muganga Thaddée NDIKUMANA akamenyesha yuko muri abo 235, 12 bakiri ku musego mu gihe umwe yapfuye kuko yari asanzwe arwaye malariya.   Muganga Thaddée
NDIKUMANA akamenyesha kandi  ko hari
vyinshi biriko birakorwa kugira bahangane niyo ndwara. Ngo ibikorwa vy’isuku biriko
birakorwa. Thaddée
NDIKUMANA abandanya avuga ko iyo ndwara mu burere ata mazi akwiye ahari nko mu
ntara ya cibitoke no mu Gisagara ca Bujumbura mu ma quartier anyuranye. Muri ico
kiganiro  Muganga Thaddée NDIKUMANA
yarashikirije kandi ko iigihugu c’u Burundi citeguye neza guhangana n’ikiza ca EBOLA
kivugwa mu gihugu kibanye ca congo. Amavuriro ari mu burere 22 bw’ubuvuzi ni
ukuvuga ahegereye igihu ca congo ku mbibe n’igihugu c’u Rwanda hashizweho
imigwi igizwe n’umuganga yabinonosoye umuforoma, uwize laboratoire n’uwujejwe
isuku.  Ngo mu bitaro
vyose barabigishije ingene bategerezwa kumenya ibimenyetso vy’indwara ya EBOLA.
Ngo ikindi naco
nuko  bariko bararategura ikigo
kizoshobora kuvuriramwo umuntu biketseko indwara ya EBOLA canke izindi ndwara zandukira
z’ivyaduka. Ngo baramaze gushiraho ikigo c’imfata kibanza kandi mu misi 10 ico
kigo kizoba gishobora kwakira neza uwuzoba yiketsweko ko iyo ndwara. Mukurangiza,
Umushikiranganji w’amagara y’abantu ahamagarira abanyagihugu kwirinda guca mu
nzira zitazwi banerekana aboba baba babikoze bashobore gupimwa mu ntumbero yo
kubandanya bakingira abanyagihugu.
#Burundi: Ngo Umuntu Akira Cancer y’Ibere Iyo Ayipimishije Kare, Ikavurwa Kare.
Igipimo c’iradio ngo ni kimwe mu bipimo bikoreshwa mu gupima cancer y’ibere.  Umuhinga mu kuvura indwara z’abakenyezi, Gabriel NAHAYO avuga ko hariho ivyuma bapimisha bakagupima umuntu  ata kimenyetso na kimwe kiriho. Ngo hariho ama radio bafata bakabonamwo utuntu twerekena yuko uyo muntu yoba afise cancer y’ibere. Ngo hariho  kandi na n’igipimo ca échographie. Ngo mugabo mu nyuma icerekana ko umuntu afise cancer y’ibere nuko bapimye igice bari bafitiye amakenga  muri rugagamisha baraheza  bakabona ko hariho cancer y’ibere. Muganga NAHAYO Gabriel avuga ko mu kuvura cancer y’ibere hariho kubaga ivyo bita gukora. Ngo navyo nyene biri kwinshi. Hari aho bakurayo ibere ryose, hari aho bakurayo igice c’ibere canke bagakurayo aho harwaye honyene bagaca bapima. Ngo kandi barashobora kubaga ibere  hama bagakurana n’amasumbisimbi usanga ari mu kwaha no mw’izosi. Ngo ubuhinga bw’imishwarara bita radio therapie ngo burafasha ukwo kubaga kugira ngo utuntu twoba twasigaye iruhande canke amasumbisumbi yoba yarafashe umuntu atabizi bashobora kuyavura nayo nyene. Hanyuma inyuma y’iyo mishwarara bakunda gukoresha imiti y’ubumara yo kuvura. Ngo bayita imiti y’ubumara kuko n’imiti iremereye cane usanga yica uduce tw’umubiri tutari duke harimwo nutwo twa cancer. Ibindi bakoresha mu kuvura cancer y’ibere n’imiti isanzwe, kenshi na kenshi bayiha umuntu yarahejeje ubwo buryo bwo kuvura bakamuha kugira ayifate kugira iyo cancer niheze igaruke. Gukira cancer y’ibere ahanini ngo niyo umuntu yayipimishije kare, ikavugwa kare itarandukira ibindi bice bitandukanye. Ngo mu burundi kenshi bagira ivyo kubaga cane cane, mugabo kubera ko abantu babishoboye babimenyereye ari bake, kugira babibavure barinda kubarungika hanze. Ku bantu bafise uburyo bakivuriza hanze bakira kurugero rurerure rurenga ibice 80 na 90 kw’ijana, ino mu Burundi ngo iyo cancer ikira nk’ibice 30 kw’ijana iyo muntu ayivuje hakiri kare. Tubamenyeshe yuko cancer y’ibere iza ubwa kabiri kw’isi yose inyuma ya cancer ya mahaha nkuko muganga Gabriel NAHAYO abisigura, agahamarira abakenyezi ko boza barikorakora kw’ibere kugira bumve ko ata kavyimba boba bafise.
#Burundi: Rumonge, Ubushikranganji bw’Amagara y’Abantu Buramenyesha Ko Ikiza Ca Choléra Cateye Mu Rumonge.
Copyright@EcoBurundi Ubushikranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya ikiza ruhonyanganda Sida buramenyesha ko ikiza ca choléra cateye muri komine n’intara ya Rumonge m’ubumanuko bw’igihugu kuva kw’igenekerezo rya 25 Kigarama. Muganga Thaddée NDIKUMANA  akamenyesha yuko abantu bagera kuri 45 bari mu bitaro mu karere k’ubuvuzi bwa Rumonge. Ngo muri abo umwe akaba amaze gutaha ngo kandi yakize. Muganga Thaddée NDIKUMANA  akamenyesha kandi yuko iyo ndwara ya choléra yibonekeje mu  gisagara ca Rumonge mu ma quartier Teba, Kanyenkoko hamwe na Gihwanya, eka mbere no ku mitumba ya Muturirwa, Cugaro na Kibozi yo muri zone Minago. Ngo hakaba n’umutumba wa Mwange wa zone Kizuka, imitumba ya Gatete, Mutambara na Makombe yo muri zone Gatete, umutumba wa Karonda wo muri zone Kigwena hamwe n’umutumba wa Bisaka wo muri zone Murago uri muri komine ya Burambi. Mw’itangazo y’ubwo bushikiranganji ryo kuri uyu wa gatanu, umushikiranganji w’amagara y’abantu akavuga ko zimwe mu mvo ari imyuzurira y’amazi yateye ubuzi bwa sugume bituma imyanda isanzara. Muganga Thaddée NDIKUMANA agahumuriza abanyagihugu ko ubushikiranganji bwiteguye kugarukira abanyagihugu. Ngo ubushikiranganji bw’amagara y’abantu busanzwe bwariteguye kugira ngo mwe nico kiza giteye bushobore gutabara budatevye. Tubamenyeshe yuko ico kiza kimaze kwibonekeza no muri zone ya Buterere iri mu gisagara ca Bujumbura. Umuntu umwe akaba amaze gushikanwa mu bitaro vya Prince Régent Charles. Muganga Thadée NDIKUMANA akaba amenyesha yuko baza kujanayo abajejwe kuvura kugira ngo basuzume bongere bapompe mu mihana na cane cane mu Buterere kubera naho nyene imvura imaze imisi igwa hariho amazi menshi atuma ubuzu bwa sugume butuma imyanda iduga hejuru. Thadée NDIKUMANA yaboneyeho akanya ko gusaba abajejwe intwaro, abenegihugu eka mbere n’abasanzwe bashigikiye ubushikiranganji muvy’amagara y’abantu kugira ngo bagire inguvu hamwe bashobore kurwanya ico kiza. Agasaba abenegihugu gukurikiza ya ma bwirizwa y’isuku.
#Burundi: Kuri Uyu Wa 2 Igenekerezo Rya 4 Niho Hatanguzwa  Mu Gihugu Cose Urucanco Rwo Gukinga Indwara Ya Mugiga.
copyright@facebook Kuri uyu wa 2 igenekerezo rya 4 ukwezi kwa 12 niho hatanguzwa  mu gihugu cose urucanco rwo gukinga indwara ya mugiga. Ku rwego rw’igihugu isekeza ryatangujwe muri komine Rutegama mu ntara ya Muramvya n’umushikiranganji wa magara y’abantu no kurwanya ikiza Sida, Docteur NDIKUMANA Thadée. Mu gisagara ca Bujumbure hamwe ku mavuriro twaciye nko muri komine Muha nko kw’ivuriro rya CMCK riri mu Kibenga, ivyo bikorwa bikaba vyari vyatanguye igihe c’isaha zitatu mu gatondo. Bikaboneka ariko ko abavyitaba batari benshi. Igihe c’isaha 3 mu gatondo hari ibikorwa vyo kwandika ku ma fiches abaje kwiteza urwo rucanco. Abo twavuganye bamenyesha yuko baje kwiteza urwo rucanco ku neza ya magara yabo. Umwe muri abo akaba amenyesha yuko yashimye kuzana umwana wiwe kuko yumvise ko indwara ya mugiga yica nabi kandi ko ari indwara yandukira. Kuri centre de santé Rukundo iri mu kanyosha naho nyene hari abantu bakeyi igihe c’isaha 4 n’inusu ariko ibikorwa vyari vyatanguye. Umuvyeyi twahasanze akamenyesha ko urucanco rufise akamaro kanini ku bana ninaco catumye abajana kubacandagisha. Uwurongoye quartier ya Kanyosha akamenyesha ko bariko barahimiriza abafise imyaka iri hagati y’umwaka 1 na 29  kwitaba iryo sekeza. Igikorwa bafise ngo baja ku nzu ku nzu  bahimiriza kugira abafise iyo myaka bitabe ako kamo. Tubamenyeshe yuko iryo sekeza rikazorangira ku musi wa kane igenekerezo rya13 za kuno kwezi.
#Burundi: Abanyagihugu Bose Bafise Imyaka Iri Hagati y’Umwaka 1 n’imyaka 29 basabwa kwitabira Urucanco Rwa Mugiga Ruzoba Mu Gihugu cose.
copyrigtPPB Abanyagihugu bose bafise imyaka iri hagati y’umwaka 1 n’imyaka 29 basabwa kwitabira urucanco rwa mugiga ruzoba mu gihugu cose. Ivyo bikaba vyashikirirjwe kuri uyu wa 4 na muganga Olivier NIJIMBERE ajejwe umugambi wagutse w’igihugu mu bijanye n’icanco mu kiganiro ku bamenyeshamakuru. Olivier NIJIMBERE amenyesha yuko ubushikiranganji bwo ku bungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida bwaratunganije isekeza ryo kurwanya indwara ya mugiga rizoba kuva igenekerezo rya 4 gushika irya 13 Kigarama uno mwaka wa 2018. Olivier NIJIMBERE asaba abo basanzwe bafashanya ko bobafasha guhimiriza kugira ngo ihangiro bihaye bazorishikeko : gutanga urucanco ku bantu bose bafise hagati y’umwaka gushika ku myika 29. Ngo abo bantu rero bazoronswa urwo rucanco n’abantu bababa imilioni 7.998.903. Ngo icufuzo bafise nuko bose bokwitabira kugira ngo ubwo bushikiranganji bushobore gukinga iyi ndwara ya mugiga bwongere bukingire amagara y’abenegihugu. Olivier NIJIMBERE yarangije amenyesha yuko urwo rucanco ruzotangwa n’abaforoma basanzwe bakora mu mavuriro atandukanye ari mu gihugu bize n’ivy’ubuvuzi kandi baronse inyigisho kugira ngo urwo rucanco ruzogende neza.
#Burundi: Kugwanya Umugera Wa Sida Bigeze Ku Ntambwe Ishimishije Mu Burundi.
copyright@akezanet Ukugwanya umugera wa sida bigeze ku ntambwe ishimishije mu Burundi. Ivyo bishikirizwa n’icegera c’uwurongoye umugambi w’igihugu wo kurwanya umugera wa Sida mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu. Hari kuri uyu wa gatatu mu kiganiro ku bamenyesha makuru. Richard MANIRAKIZA ashikiriza  yuko igihugu c’uburundi  gishimishwa n’intambwe kigezeko mu kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida. Richard MANIRAKIZA amenyesha yuko bafatiye ku cigwa cakozwe mu 2007 ngo urugero rw’abanduye rwari ku 3,7 kw’ijana. Ngo haheze imyaka itatu harabaye ikindi cigwa urwo rugero rwari rumaze gushika kuri 1,4 kw’ijana. Icigwa naco cakozwe mu mwaka uheze ngo cerekana yuko urugero rw’abanduye umugera wa sida muri rusangi ari 0,9 kw’ijana. Richard MANIRAKIZA agashikiriza yuko naho urugero bw’abanduye muri rusangi ruri musi ya 1 kw’ijana , ko ata n’umwe yokwijajara kubera hakiriho imigwi y’abenegihugu yandura kurusha abandi nk’abadandaza umubiri n’abanywa ibiyayura mutwe. Ngo muri rusangi abantu baba mu bisagara bakwiye kuzikenyera zikaguma kuko mu bisagara haracari ibiharuro biri hejuru uravye urugero rugeze ko mu mitumba Richard MANIRAKIZA amenyesha kandi yuko urugero rw’abandura baba benshi mu bakenyezi n’abigeme gusumvya mu bahungu n’abagabo. Richard yarangije amenyesha yuko bagiye gushira inguvu nyinshi mu guhimiriza abenegihugu kwijukira kwipimisha kugira ngo bamenye amagara yabo  ingene ameze hanyuma uwusanzwe arwaye agakurikiranwa kwa muganga  ngo muri iyo ntumbero abandura bazoba bake.
Indwi Yahariwe Gukoresha Neza Imiti Irwanya Imigera Iyo bita Antibiotique.
Gufata umuti utawandikiwe n’umuganga ngo bifise ingaruka mbi kumagara y’abantu. Nkuko biri mu butumwa bw’uwurongoye igisata ca Africa c’ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS imiti igwanya imigera bita antibiotique ngo iyo umuntu ayifashe atayandikiwe n’umuganga abifiye ubumenyi bituma itagishobora gukiza indwara zimwe zimwe. Muganga   Matshediso Rebecca MOETI agahanura uwo wese afise ingorane y’amagara kwitwararika gusaba impanuro muganga imbere yo gufata umuti kanaka ni mu gihe kuva kuri uyu wa mbere kw’igenekerezo rya12 gushika 18  Munyonyo ari indwi yahariwe gukoresha neza imiti irwanya imigera iyo bita antibiotique mu rurimi rw’igifaransa. Mu butumwa bw’uwurongoye igisata ca Africa c’ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS, Matshediso Rebecca MOETI amenyesha yuko imiti irwanya imigera yo mu bwoko bwa ma bacteries bita antibiotique mu gifaransa ngo irakoreshwa cane. Ariko rero ngo iyo miti iyo iyikoreshejwe nabi ngo bituma itakaza ubushobozi bwo kurwanya imigera infections gutyo ntiba ishoboye gukiza umurwayi. Ingaruka zavyo ngo nuko bishobora gutuma indwara zimwe zimwe nkizifatira mu bihimba vy’ihemero canke igituntu zigorana kuvura . Muri ubwo butumwa docteur MASHIDISHO MOETI arongoye igisata ca OMS muri africa ahanura umuntu wese kubanza gusaba impanuro muganga yabinonosoye imbere yo gufata mwe niyo miti. Ikindi ashikiriza muri ubwo butumwa ngo nuko ibitaro n’amavuriro bifise uruhara ntangere mu kugwanya no gukinga indwara ziterwa n’imigera mu kwitwararika isuku nayo abaganga ngo bokwandikira umugwayi gufata imiti igwanya imigera antibiotique mu gihe babona ko bikenewe koko  ngo bonasigurira abagwayi ikoreshwa ry’iyo miti. MASHIDISHO MOETI amenyesha ko hagikeneye kwongerezwa imitahe mu gisata c’imiti kugira ngo hahingurwe imiti mishasha yo kugwanya imigera kuko ngo vyagaragaye ko igenda iratakaza ubushobozi bwayo bivanye n’ingene ikoreshwa nabi. Akamenyesha  kandi ko kuva mu mwaka 1980 ihingugwa rya mweneyo miti ryagiye riragabanuka. Tubibutse yuko indwi yahariwe gukoresha neza imiti irwanya imigera ″Antibiotique″ izohimbazwa ku c’ivugo : ″Saba impanuro muganga yabinonosoye imbere yo gufata umuti urwanya imigera.″
#Burundi: Hagiye Gutanguzwa Umugambi Wo gukora Abarwayi Witwa Chirurgie Mini Invasive Mu Burundi.
Hagiye gutanguzwa umugambi wo gukora abarwayi witwa chirurgie mini invasive mu gifaransa. Vyashikirijwe na muganga Sylvain NIYONKURU, umuhinga wo gukora abarwayi, kuri uyu wa kane, ni mu gihe hariko hatanguzwa icitse ubwo buhinga bushasha bwo kubaga abagwayi aha mu Burundi. Muganga Sylvain NIYONKURU amenyesha ko ubwo buhinga bufise akarusho ku barwayi gusumba ubwahahora nko kumara umwanya muto mu bitaro hamwe nuko umurwayi amara umwanya muto kugira akire. Sylvain NIYONKURU asigura yuko ubwo buhinga busanzwe bukoreshwa mu bihugu biteye imbere.Ngo ico butandukaniyeko nubwo twahora dukoresha nuko nko gukora mu nda vyasaba ko bugurura umuntu bakagenda kuraba mu nda ingene hameze hanyuma bakahakora kandi bakugurura hanini. Ubwo buhinga bushasha ngo bufasha gukora ivyo bahora bakora mu gukoresha udutoboro duto duto kandi batarinze kwugurura umurwayi. Ngo ubwo buhinga bushasha butuma ubwa mbere na mbere opération ica inyaruka ikamara umwanya muto kuko ubwa mbere hari umwanya wo kwugurura n’umwanya wo kwugara. Hanyuma n’ibikoresho bikoreshwa n’ibikoresho binyaruka aho bahora bakoresha inyuzi canke ibindi bintu bazokoresha ibikoresho bigakora nk’ivyakorwa n’inyuzi mugabo mu mwanya muto. Ngo umurwayi rero amara umwanya muto mw’ibagiro. Rero uko amara umwanya muto nuko aba yakoresheje ibikoresho bike ni nako ariha bike. Muganga Sylvain NIYONKURU asigura kandi yuko uko umuntu amara umwanya muniniya ariko arakorwa niko biba bishoboka ko ama microbes ashobora kujamwo akagira ivyo bita infections. Gukoresha ubwo buhinga bisigura kumara umwanya muto mu b’ubagiro. Udutoboro dutoyi rero dukorwa dutuma umuntu atababara cane inyuma ya opération bigaca bituma anashobora kwitahira hakiri kare.
#Burundi: Ubushikiranganji bw’Amagara y’Abantu Busaba Ko Amashirahamwe Hamwe n’Ibigo vy’Ubuvuzi Kama Bihagarikwa vy’Imfata Kibanza.
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu busaba ko amashirahamwe hamwe n’ibigo vy’ubuvuzi kama bihagarikwa vy’imfata kibanza. Nkuko biri mu rwandiko rw’umushikiranganji bw’amagara y’abantu, muganga Thaddée NDIKIMANA yarungikiye mugenzi we w’intwaro yo hagati amenyesha yuko hari abikika inyuma y’ubuvuzi kama mukwiba abanyagihugu. Jean Bosco GIRUKWISHAKA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu avugako ko abo bavuzi kama bakoresha impapuro bahabwa n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bagaca batangura gukora mu gihe bategerezwa kuba bafitaniye amaseserano n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu imbere yuko batangura kuvura. Kubwa Jean Bosco GIRUKWISHAKA, ngo guhagarika ayo mashirahamwe y’ubuvuzi kama ntibisugura yuko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu budashigikiye ivyo bakora. Ngo nuko bashaka yuko ubwo buvuzi bukora mu mategeko. Bamwe mu bivuza mu bigo vy’ubuvuzi kama rero bakaba batewe impungenge n’ingingo  y’ubwo bushikiranganji isaba ko ivyo bigo vyugagwa vy’imfata kibanza. Bamwe mu baganiriye na Magaratimes bavuga ko ivyo bigo bibafasha kandi bikabaronsa imiti izimbutse mu gihe imiti y’ikizungu yoyo izimvye. Bagasaba ubushikiranganji bw’amagara y’abantu gukorana n’ivyo bigo ku neza y’abarwayi.
Umusi Mpuzamakungu Wahariwe Kurwanya Indwara Yo Mu Mutwe Bita AVC.
Indwara ifatira mu mutwe iyo bita AVC mu gifaransa ngo  iva ku turingoti two mu mutwe tuba twazivye canke tugakomereka. Ivyo bisigurwa na muganga Marc NIMBURANIRA mu gihe kuri uyu wa 29 gitugutu ari umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya iyo ndwara. kubwa muganga Marc NIMBURANIRA  ngo ibiyitera rero ahanini nivyo bita facteurs de risque cardio vasculaire mu gifaransa nk’indwara y’umurindi w’amaraso, indwara y’igisukari, kunywa itabi, kugira ibiro vyumurengera, kutagira ikarashishi, kudafungura neza canke barya bantu batisuzumisha bumvise yuko umutima wiruka navyo nyene birashobora gutera iyo ndwara yo mu mutwe. Muganga Marc NIMBURANIRA asaba yuko ivyo abantu bogerageza bakavyitaho neza ku buryo habaye indwara y’umurindi w’amaraso, indwara y’igisukari kuko iyo batavyitayeho neza ingaruka mbi niyo ndwara yo mu mutwe ariyo bita AVC. Ngo iyo ndwara irahari kandi iyo ije, iyo itishe kenshi usanga uwoyafashe agumana ubumuga budakira, ugasanga niwa muntu atagishobora gukora ivyo yarasanzwe akora, ugasanga niwa muntu atagishobora kuvuga
12 Gitugutu, Umusi Mpuzamakungu Wahariwe Kubona Neza.
Abarundi ibihumbi 35 nibo barwaye indwara y’uruhumyi nayo ibihumbi 113 bakaba batabona neza. Ivyo bikaba bivugwa na muganga Levy KANDEKE yanonosoye ivyo kuvura indwara z’amaso, hakaba hari kuri uyu wa 4 mu nama yatunganijwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bufadikanijwe n’ishirahamwe ryitaho indwara z’amaso. Levy KANDEKE amenyesha yuko mu gihugu c’uburundi habaye ubushakashatsi mu mwaka wa 2010 bwerekanye yuko abantu bahumye rwose bari mu gihugu ari ibice 3%, ni abantu ibihumbi 35 bafatwa yuko bahumye. Ngo hariho abo bita yuko batabona neza ni ukuvuga ko badashobora gusoma, ko badashobora gukora udukorwa twa misi yose bangana ibihumbi 113. Kubwa Levy KANDEKE ngo ahanini indwara zituma umuntu arwara iyo ndwara y’ubuhumyi nayo ikaba iri imbere mu Burundi  itwara ibice 60% ni indwara yitwa CATARACTE. Inyuma haraza n’izindi ndwara nyinshi zitewe na Diabète iyo bita GLAUCOME n’izindi nyinshi. Ngo muri izo ndwara izo dushobora kwirinda cane cane ni zirya zandukirwa nkiyo bita TRACHOME, iyo umuntu arashobora kuyirinda nko umuntu yoga mu maso kenshi kabiri canke gatatu iyo ndwara ntiheza ngo imufate. Izindi ni indwara iyo umuntu ataba afise ivyunyunyu bita vitamine A bikwiye mu mubiri. Muri ico gihe bisaba yuko umuntu afungura indya zirimwo vitamine A. Muganga Levy KANDEKE avuga kandi yuko hariho n’izindi ndwara rero zigoye bita GLAUCOME.Yoyo ngo iranagoye, ngo no mu bihugu bifise uburyo, iyo ndwara iragoye kuvura kuko ni indwara itagira ibimenyetso na bimwe. Umuntu ahuma atamenya ko ariko arahuma. Ngo iyo umuntu asanzwe ayigwaye arashobora kuvurwa igaca ihagarara mugabo kuyisubiza inyuma nivyo bigoye. Nico gituma biba bikenewe ko iyo ndwara umuntu ayitora hakiri kare bisabwa yuko umuntu wese arwaye indwara ya Diabete yipimisha rimwe ku mwaka kugira ngo arabe ko iyo ndwara  ataco iriko ironona mu maso. Tubamenyeshe yuko  ku wa 12 gitugutu ari umusi mpuzamakungu wahariwe kubona neza.
#Burundi: Umushikiranganji w’Amagara y’Abantu Hamwe n’Ishirahamwe OMS Bamenyesheje Yuko Umugera wa EBOLA Ugeze ku Birometero 400 wegereza u Burundi.
copyright@Burundi Eco Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buhamagarira abantu bafise ibimenyetso nko gushuha canke gucibwamwo kunyarukira kwa muganga bagapimwa. Ivyo yabivugiye mu kiganiro ku bamenyeshamakuru umushikiranganji w’amagara y’abantu hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS bamenyesheje yuko umugera w’indwara ya EBOLA wahora ku birometero 2000 (2000 km) muri RDC ugeze ku birometero 400(400 km) wegereza u Burundi. Kubwa  Thadée NDIKUMANA  ngo ikiza ca EBOLA cari cateye muri Equateur hari ku birometero birenga 2000 uvuye ngaha mu burundi ubu kigeze ku birometero 400(400 km) cegereza u Burundi.  Ngo u Burundi butegerezwa gufata ingingo zirengeye izo bwari bwafashe kugira bukingire abenegihugu. Ngo kubera nkuko hasanzwe hariho imigenderanire hagati y’igihugu cacu n’uburere bw’ubuvuzi buri muri Sud Kivu  hamwe no muri Nord Kivu ivyo bigasaba yuko abenegihugu  bamenya ingene indwara ya EBOLA  itera n’ingene bokwifata kugira ngo  dushira hamwe turabe yuko mu kubandanya imigenderanire myiza hamwe no kuraba ingene abenegihugu binjira canke basohoka. Thadée NDIKUMANA  yarangije atera akamo abenegihugu kugira ngo hagize uwubona awufise ikimenyetso  c’indwara iyariyo yose ko yoja kw’ivuriro kugira ngo ntihabe uwogeregeza kuja kwa rumenyi canke ngo wenyene yivure kuko bisaba yuko naho yobona afise ubushuhe canke abona afashwe n’indwara yo gucibwamwo canke ariko arasusumira canke agacika intege yokwihutira kuja kwa muganga. Ikindi naco yasavye  abanyagihugu nuko bogira isuku na cane cane mu gukaraba amazi n’isabuni. Ngo kandi mu kubandanya imigenderanire myiza u Burundi bufitaniye nib’ibihugu vyo muri aka karere boza baramenyesha umwenegihugu  yoba yabagendeye kugira ngo abajejwe intwaro nabajejwe ubuvuzi bamenye bati hari abenegihugu bo muri Congo, bo mu Buganda canke mu Rwanda baraye mu Burundi.
Indwi Yahariwe Amagara y’Abana n’Abavyeyi.
Copyright@UN news Abana barenga ibihumbi 200 bari hagati y’umwaka n’abandi bana barenga ibihumbi 80 bari hagati ya mezi 6 na 59  batanguye guhabwa ibinini vy’inzoka aho ni mw’isekeza ry’urucanco muri iyi ndwi yahariwe amagara y’abana n’abavyeyi. Nkuko biboneka ku matangazo intara y’ubuvuzi ya Bubanza imaze imisi ikwiragiza mu mitumba igize iyo ntara kuva kuri uyu wa kabiri hagiye gutangwa icunyunyu vitamine A Ku bana bose bafise amezi atandatu gushika kubafise amezi 59. Bose hamwe bangana 82968 nkuko vyibonekeza mu vyegeranyo twahawe nabajejwe amagara yabantu. Umuti w’inzoka Abendazole nawo ugiye guhabwa abana bari hagati y’umwaka n’imyaka 14, bakaba bangana ibihumi 211270. N’abavyeyi  bibungeze rero kuva ku mezi ane gushika ku mezi cenda nabone bahabwa uwo muti w’inzoka Albendazole. Abana bari hagati y’imyaka 5 n’imyaka 14 nabo bazohabwa umuti w’inzoka Praziquantel. Abana  bari hagati y’amezi cumi 18 na 24 nabo ngo bazokingirwa indwara y’agasama nkuko abajejwe amagara y’abantu muri iyo ntara ya Bubanza babimenyesha. Muganga Joël BIGIRIMANA arongoye intara y’ubuvuzi agasaba ko ata muvyeyi n’umwe yokwirengagiza ico gikorwa mu ntumbero yo kuranduranwa n’imizi indwara zose ziterwa n’inzoka hamwe n’agasama. Tubamenyeshe yuko iryo rizomara indwi yose.
Ibice Birenga 96% Vy’amaraso Nivyo Ikigo Kijejwe Gutororokanya No Gusabikanya Amaraso CNTS Gitanga Mu Bitaro Vyose.
Ibice birenga 96% vy’amaraso nivyo ikigo kijejwe gutororokanya no gusabikanya amaraso CNTS gitanga mu bitaro vyose. Uwurongoye ico kigo mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru agasigura ko ivyo vyatumwe n’abitangira abandi mu gutanga amaraso. Docteur Jean Bosco NDUWARUGIRA akavuga kandi ko ku bijanye nuko Ingene amaraso atangwa mu barwayi mu bice bine vy’igihugu ari  ikibazo camazwe gutunganwa. Muganga Jean Bosco NDUWARUGIRA avuga ko ico kigo gikorana n’ibindi bigo biri hagati mu gihugu agasigura ko umurwayi ari hagati mu gihugu akeneye amaraso adakenera kurinda kumanuka i Bujumbura. Ngo ico kigo gisahirizwa mu burere bune bw’igihugu n’ibigo vyitwa centres régionaux de transfusion sanguine kimwe kikaba kiri  i Bururi, ikindi mu Cibitoke, ikindi i Gitega, ikindi Ngozi. Ngo nta muntu yova mu gihugu hagati ngo aje i Bujumbura arondera amaraso. Jean Bosco NDUWARUGIRA yamenyesheje ko Leta yafashe mu minwe ikibazo co gutanga amaraso. Ngo kubera  ko amaraso tuyaronka kuri gusa tuzoyatanga kuri gusa. Ngo ico basaba ni intererano ya bantu ku giciro kingana n’amafaranga leta yatanze kugira igure udufuko two kubikamwo amaraso. Ngo  rero gushika kuri iyi saha itegeko rigenga ico kigo risaba yuko kugira batange karya gafuko na karya karingoti yuko ico kigo gitegerezwa kugurisha karya gasaho ibihumbi bitanu na karya karingoti ku gihumbi.
Abantu Bipimisha Indwara Zifatira Mu Mafyigo Batera Bongerekana Kandi N’ibikoresho Bifasha Mu Kuzipima Vyarongerekanye Mu Burundi
Ngo abantu bipimisha indwara zifatira mu mafyigo batera bongerekana kandi n’ibikoresho bifasha mu kuzipima vyarongerekanye mu Burundi. Ivyo bikemezwa na muganga Sylvain Pierre NZEYIMANA, umuhinga yanonosoye ibijanye no kuvura indwara zo mu mafyigo, hakaba hari mu ruganda rwateguwe n’abanyeshure ba kaminuza ya Ngozi mu kurabira hamwe ukuntu hotezwa imbere amagara y’abantu mu Burundi. Muganga Sylvain Pierre NZEYIMANA amenyesha yuko dialyse ari uburyo bwo gufasha abantu bafise ingorane y’amafyigo, abantu amafyigo yabo atagikora kubera imvo iyi canke iyindi. Ngo kenshi mu mvo nkuru nkuru zibituma hariho  indwara y’igisukari n’indwara y’ivunduka ry’umurindi w’amaraso. Sylvain Pierre NZEYIMANA amenyesha kandi yuko mu Burundi  vyifashe neza kuko dialyse ihari, i bujumbura, hamwe na ruguru i karusi. Ngo ivyo rero birafasha abantu kuko mu misi yahera kugira umuntu aronke dialyse, yategerezwa kujabuka imbibe akaja hanze ugasanga kenshi bitwara uburyo canke naho uburyo buhari ugasanga muri uwo mwanya amagara atifashe neza bigaca bigorana ukuntu umurwayi ashika aho hantu kuko amagara atifashe neza. Ngo rero ubu ibintu vyifashe neza mugabo haracahari ibikorwa kugira ngo ivya dialyse bitsimbatare neza ariko aho u Burundi bugeze birashimishije. Kubwa Sylvain Pierre NZEYIMANA ngo kenshi indwara y’amfyigo ntibabaza nico gituma umuntu aja kumenya ko ayirwaye yasinzikaye hanyuma kandi kenshi abantu bakunda kwivuza aruko barwaye ugasanga bagiye kwivuza baremvye. Sylvain Pierre NZEYIMANA yarangije asaba abantu bafise indwara y’igisukari n’indwara y’ivunduka ry’umurindi w’amaraso, abantu bafise ibiro vyinshi, abantu bafise abantu mu miryango yabo barwaye amafyigo ko bo kwisuzumisha kare kugira ngo nimba iyo ndwara ya mafyigo  umuntu yoba ayifise ayimenye kare ayivure canke nimba atayafise  umuntu abafashe kuyirinda ntibayirware.
Ibice Birenga 10 Kw’ijana Vyabafata Ibiyayura Mutwe Babicishije Mu Rushinge Ngo Nibo Bagendana Umugera Wa Sida Mu Gisagara Ca Bujumbura
Ibice birenga 10 kw’ijana vyabafata ibiyayura mutwe babicishije mu rushinge ngo nibo bagendana umugera wa sida mu gisagara ca Bujumbura nkuko ivyigwa vyakozwe n’ishirahamwe ABS ryishinze kurwanya ikiza SIDA (ABS) rivyerekana. Ivyo bikaba bishirizwa n’uwuserukira ABS mu Burundi mu ruganda rwo guhanahana ivyiyumviro n’abarongeye abandi mu gipolisi kuri uyu wa gatatu mu ntumbero yo kurabira hamwe ingene bogabanya inkurikizi zijanye no gufata ibiyarura mutwe n’ingene ababifata bofashwa bakongera bakavurwa. Kubwa Pierre Claver NDAYIZEYE umunyamanga mpuzabikorwa muri iryo shirahamwe avuga ko babandanya guhimiriza uyo murwi wabafata ibiyayura mutwe bakoresheje inshinge kugira ngo bahindure ingendo binabafashe kwirinda kwanduzanya ico kiza. Ngo «ABS irakurikiza amategeko». Pierre Claver NDAYIZEYE avuga ko abanywarumogi atari abicanyi naho bohanwa, bakubitwe inkoni ngufi ntibafatwe nk’abicanyi. Ngo mu gihe baba barwaye baronke uburanganzira bwo kuja kwa muganga hanyuma ABS imufashe. Ngo kandi igikorwa ABS ikora  sico kubashigira na gato mu kunywa ibiyayura mutwe. Ngo baraba  amateka ajanye no kwivuza ku muntu wese ashobora kuba afise ingorane ku magara yiwe Pierre Claver NDAYIZEYE yarangije avuga ko umugambi wa ABS ufatiye ku murwi wabitera ibiyayura mutwe  bakoresheje inshinge. Ngo uwo mugambi ukaba ukorera i Bujumbura gusa.
Ivyuma vyo Kuyungurura Amafyigo Bine ivyo bita Hémodialyse Nivyo Vyashikirijwe Ibitaro vy’abasirikare  vyo mu Kamenge Kuri Uyu wa Gatatu
copyright@PPB Ivyuma vyo kuyungurura amafyigo bine ivyo bita Hémodialyse nivyo vyashikirijwe ibitaro vy’abasirikare  vyo mu Kamenge kuri uyu wa gatatu. Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’igihugu ca Misiri Sameh CHOUKRI akaba ariwe yabishikirije icese ari kumwe na mugenzi we wu mu Burundi Alain Aimé NYAMITWE. Rémy NDIKUMANA, umuganga ajejwe  ivy’ubuvuzi kuri ivyo bitaro vyo mu Kamenge akaba ashima iyo  mfashanyo. Ngo ngaha mu Burundi nta bibanza vyinshi bavuriramwo barya barwaye indwara z’ amafyigo bihari. Ngo hari ahantu habiri gusa, hamwe ni mu bitaro vyigenga kandi amafaranga yo kuriha ni mesnhi. Ubu rero abarwayi hafi bose bafise izo ngorane bagiye kuronka henshi bashobora kwitura kandi ku mafranga abayabaye. Rémy NDIKUMANA amenyesha yuko ivyo vyuma ari bine kandi ngo icuma kimwe kirashobora kuvura abashika  bane ku musi. Rémy NDIKUMANA amenyesha kandi yuko basavye  abaganga basanzwe bari kuri ivyo bitaro  ko boronswa ubwo bumenyi bwogushobora gukoresha ivyo vyuma ubu rero bamwe bamwe baratanguye kwimenyereza ubu bariko barabimenya. Ngo harategekanijwe kandi yuko  hazoza abahinga bavuye mu Misiri baza gufasha kubandanya bigisha  abo baganga kugira ngo bashobore gukoresha ivyo vyuma. Ngo hano mu Burundi hari umuhinga yanonosoye cane ibintu vyerekeye indwara mwenizo azi gukoresha ivyo vyuma asanzwe abikoresha ku bitaro prince Regent no kuri roi khaled. Iyo mfashanyo nkiyo yatanzwe no mu bitaro bikuru vyi gipolisi  vyo ngaha i bujumbura
Umusi Mpuzamakungu Wahariwe Amagara y’Abantu
Ngo : « u Burundi buri  mu bihugu vya mbere bifise inzara nyinshi kw’isi. Abarundi benshi ntibafungura bikwiye kuko  benshi ntibashikana ama calories 1600 kandi bategerezwa kurenza ama calories 2000 », ivyo vyashikirijwe na Faustin NDIKUMANA, arongoye ishirahamwe PARCEM, ryishinze gukangura abarundi  mu guhindura ingendo; akaba yabishikirije kuri uno wa mbere mu kiganiro ku bamenyesha makuru  kubijanye n’umusi mpuzamakungu wahariwe amagara y’abantu wama uhimbazwa kw’igenekerezo rya 7 Ndamukiza. Faustin NDIKUMANA yabandanije avuga yuko  hari ibintu vyinshi bituma amagara y’abantu adashemera mu Burundi : isuku rike, igwirirana ry’abantu,ihindagurika ry’ibihe ,ingwano, ngo ivyo vyose bituma abantu bagira amagara make. Ngo kubera igwirirana ry’abantu, amavuriro ahari ubu ni make cane.Faustin amenyasha kandi yuko nko kw’ivuriro rimwe usanga hari abaforoma 2 canke 3 kandi hategerezwa kuba 6 canke 7. Imiti nayo ugasanga ntiboneka. Faustin NDIKUMANA yarangije asaba yuko ho kwongereza abakozi  bafise ubumenyi bukwiye mu gisata c’amagara y’abantu  hamwe no kurondera uburyo  bukenewe mu mugambi w’igihugu mu gisata c’amagara y’abantu mu ntumbero yo gutorera inyishu ibibazo vyinshi bihanze ico gisata.
Umusi Mukuru Wahariwe Amazi Meza
Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 22 Ntwarante, ubushikiranganji bw’amazi, ibidukikije, no gutunganya ibisagara bwifadikanije n’amakungu mu guhimbaza umusi wahariwe amazi meza kwisi. Uwo musi ukaba wahimbajwe mu gihe  mu burundi, abenegihugu badafise ayo mazi meza, bagakoresha kenshi amazi y’inzuzi nka ntahangwa,rusizi,mugere n’izindi. Ikingirwa ry’amazi y’ikiyaga Tanganyika, icokorwa kugira abenegihugu bose baronke amazi meza kandi kurugero rushimishije ivyo nivyo bibazo vyabajijwe n’abamenyeshamakuru ku bajejwe igisata c’amazi muri ubwo bushikiranganji hamwe nabo muri Regideso. MagaraTimes yashimye kugendera abanyagihugu bo mu Ruziba iri muri zone Kanyosha. Abo benegihugu bakaba bavuga ko bashobora kumara hafi indwi zibiri ata mazi abonetse ku mabombo, bigatuma baja kuyagura ku mafaranga amajana abiri ibido imwe canke ngo bakaja kuvoma amazi  ya Tanganyika canke y’uruzi Mugere akaba ariyo bakoresha muri vyose. Kubwa Desiré GAHUNGU, umwe mu banyagihugu twavuganye ngo: « Ingaruka mbi rero nuko abaja kuyavoma kenshi ari abana. Kenshi abo bana bagira insanganya  bakarwa muri tanganyika kuko baba bariko bavoma ahari amazi meza ayo nayo aba ari kure gato. Iyindi ngaruka mbi n’indwara abana baguma barwara kubera isuku rike riva kurayo mazi meza ataboneka.» Abo benegihugu basaba rero leta yuko yobazanira amazi hafi  kuko kwama banywa amazi y’inzuzi bibatera indwara nyinshi. Tubamenyeshe yuko uyu musi uzohimbazwa kuruyu wa gatandatu muri Komine Giheta, Intara ya Gitega.

#Burundi: Ikibanza Cagenewe Ingenzi SAGA PLAGE Cuguruwe Ku Mugaragaro N’Ikigo OBR.
Mu gihe komiseri mukuru w’ikigo gitoza amakori ya leta OBR Audace NIYONZIMA yariko arugurura ico kibanza, yamanje kumenyesha imvo zari zatumye cugagwa. Aho naho hari muri munyonyo umwaka w’2017. Ngo ico kibanza cari cugawe kubera cari cagurishijwe hatarishwe amakori nkuko bitegekanijwe n’amategeko. Nkuko komisere  mukuru w’ikigo OBR abandanya abimenyesha, ngo mu biharuro bakoze  basanze amakori yategerezwa kurihwa  angana n’imiliyoni 344, hagaca hiyongerakao amahadabu, yose hamwe agaca angana  imiliyoni 894. Audace NIYONZIMA yaciye amenyesha yuko bashima ingene ayo mafaranga yose yarishwe. Ngo bakaba baje kwugurura ico kigo ku mugaragaro kugira ngo ntihagire uwogira amakenga kuvyerekeye irihwa ryayo mafaranga. Audace NIYONZIMA akaba yaboneyeho akaryo ko kugabisha abagura n’abagurisha ibibanza bitandukanye gukurikiza amategeko mu bijanye n’irihwa ry’amakori. Akaba yasavye n’abandi bashobora kumenya inkuru nk’izo zerekana ahaba hakorewe ibikorwa  bitarishe amakori neza bakabimenyesha kuko agashirukabute k’icumi kw’ijana gategekanijwe. Mu kurangiza, Audace NIYONZIMA akaba yamenyesheje yuko ubu bafise ubuhinga bakoresha n’uburyo bwo gukora  amatohoza  kugira bashobore gutora abantu nk’abo baba bagurishije ibintu ntibashobore kuriha amakori yose.
#Burundi: Ishirahamwe Mpuzamakungu Rijejwe Gutoza Amakori Rimenyesha Yuko Ryiteguye Gukorana na OBR.
Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe gutoza amakori rimenyesha ko ryiteguye gukorana n’ikigo gitoza amakori mu burundi OBR mu ntumbero yo gufasha uko ico kigo gisanzwe gikora. Ivyo vyashikirijwe na kunio MIRUKIYA umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe gutoza amakori. Hari kuri uyu wa kabiri mu gihe yarahejeje kwakirwa m’umubonano n’umushikirtnanganji w’ubutunzi. kunio MIRUKIYA asaba leta y’uburundi gushiraho amategeko akuraho ubusumbasumbane no kworohereza mu vyo gutoza amakori.
#Burundi: Ngo Igituma Abanyagihugu Badasaba ku Bwinshi Ingurane mu ma Banki ngo n’Uko Asaba Inyungu z’Umurengera.
Ngo abanyagihugu ntibasaba ku bwinshi ingurane mu ma banki kubera asaba inyungu z’umurengera. Ivyo bamwe mu barongoye intara bakaba babishikirije kuri uyu wa mbere mu ruganda rwatunganijwe n’urunani rw’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana » RIM ». Buramatari w’intara ya Rumonge Juvénal BIGIRIMANA ari muri urwo ruganda ashikiriza yuko abo arongoye bavuga ko badasaba ingurane mu ma banki kubera ayo ma banki abasaba inyungu z’umurengera. Ibanki nkuru y’igihugu yo ivuga ko abanyagihugu kenshi badatahura ingene ama banki hamwe n’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana akora, nico gituma ababarongoye basabwa kubahimiriza. Diane Jocelyne BIZIMANA wo mw’ibanki nkuru y’igihugu akavuga ko inyungu zisabwa mu ma banki zisunga itegeko. Diane Jocelyne BIZIMANA avuga yuko i banki canke amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana ategerezwa kwerekana ingene akora kubijanye n’ingurane hamwe n’inyungu zayo. Ngo ayo mashirahamwe na ma banki afise itegeko ryo kwandika hamwe no kumanika ahabona ibijanye n’ingurane, umunywanyi akabisoma imbere yuko afata ingingo yo gufata ingurane. Tubamenyeshe yuko mu Burundi haharurwa amashirahamwe yo kuguranana no kuziganya agera kuri 37 hamwe na ma banki 10 yemewe n’amategeko.
#Burundi: Bujumbura, Ibanki Nkuru y’Igihugu Yarafashe Ingingo Itariki 17 Kigarama Yo Kwugara Amashirahamwe Ane Yo Kuziganya No Kuguranana.
Ibanki nkuru y’igihugu yarafashe ingingo itariki 17 za kuno kwezi yo kwugara amashirahamwe ane yo kuziganya no kuguranana ″microfinance″ mu rurimi rw’igifaransa. Iyo ngingo yafashwe hisunzwe cane cane ingingo ya 99 igenga ibikorwa vy’amashirahamwe mwe nayo. Ayo mashirahamwe nayo akaba  ari TPO UMVA Microfinance, Microfinance ITEKA, Microfinace CFCAM DUSHIGIKIRANE hamwe na CCI ODAG. Ngo ayo mashirahamwe ntagishoboye ivyo yiyemeje na cane cane ku mvo zitatu. Kuba ayo mashirahamwe aba atagihemba abakozi kubw’ibikorwa vyayo, kuba ibikorwa vyayo mashirahamwe vyarahagaze mu kiringo kiri hagati y’umwaka n’imyaka itatu hamwe no kuba afise ibirarane hagati y’umwaka n’imyaka itatu vy’amafaranga yabwirizwa gutanga ajanye no gukurikirana ibikorwa vyayo  ivyo bita ″francs de supervision″ mu rurimi rw’igifaransa. Ico ibanki y’igihugu isaba ayo mashirahamwe ni ukuraba ibikenewe kugira ngo yishure abo iheraniye. Abanywanyi baheraniye ayo mashirahamwe nabo bayishure.
#Burundi:Isoko Ry’imitahe Riherutse Kwemezwa n’Inama Nshingamateka Ngo Ntirije Gusubirira Ama Banki
Isoko ry’imitahe riherutse kwemezwa n’Inama Nshingamateka ngo ntirije gusubirira ama banki mu Burundi ahubwo ama banki azokwunganira iryo soko. Ivyo bivugwa na Arsène MUGENZI ajejwe gucungera isoko ry’imitahe mw’ibanki nkuru y’igihugu. Hakaba hari m’umubonano iyo banki  BRB yagiriraniye n’abamenyesha makuru basanzwe bitaho ibibazo vy’ubutunzi kuri uyu wa mbere. Arsène MUGENZI  amenyesha yuko mw’ibanki nkuru y’igihugu hariho uwo mugambi wo gushiraho isoko ry’imitahe. Ngo isoko ry’imitahe n’isoko rihuza abanyamitahe, abafise uburyo hamwe n’ababukeneye. Arsène MUGENZI asigura yuko abo bafise imitahe n’abo bayikeneye baheza bagahura atawubaciyemwo ni ukuvuga yuko batanga imigambi yabo yizwe neza ico bagiye kuyikoresha hanyuma abafise imitahe nabo bagaheza bakazana iyo mitahe yabo baravye ico bazokwungukamwo. Ngo muri ico gihe harabaho uwucungera iryo soko ry’imitahe kugira ngo  arabe ko uyo muntu akeneye iyo mitahe, ivyo yavuze bifise inshingiro. Ngo akarusho k’isoko ry’imitahe kari ngaho nyene kuko abo bantu bakeneye imitahe minini barashobora kuyironka baciye mu ma banki bayihawe nabo bandi bafise uburyo bunini  nyene. Akandi karusho gahari ngo ni uko uyo muntu akeneye umutahe ashobora kuwuronka, akawuronka mu bantu benshi cane bazanye uduce dutoduto kugira  wa muntu mutoyi yari yifitiye uburyo buciriritse nawe nyene ashobore kugura agace kamwe canke ashobore kugura uduce twinshi bivanye n’uburyo afise. Amakenga ntashobora kuhaba yuko iryo soko ry’imitahe ryofuta ama banki mu gihugu ahubwo azokomera kuko iryo soko ry’imitahe mu bintu vyinshi rizana ni kwongereza ibidandaza ama banki yarasanzwe afise muri babandi bagize iryo soko ry’imitahe kuko igipande kinini cane gikorwa nayo ma banki.
Igiciro c’Ikawa Yumye Bita « WASHED » Gishizwe ku Mafaranga 1600 Ku kiro Ahabwa Umurimyi Yose ata kivuyeko.
Igiciro c’ikawa yumye bita « WASHED » gishizwe ku mafaranga 1600 ku kiro ahabwa umurimyi yose ata kivuyeko, hisunzwe igiciro kw’isoko mpuzamakungu ya New York hamwe n’ubundi buryo bukenerwa mu kuyihingura kugeza ishoke hanze. Ivyo bikamenyeshwa n’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ARFIC mu kiganiro ku ba menyeshamakuru kuri uyu wa kane. Emmanuel NIYUNGEKO yashikirije kandi ko kugura no kugurisha ikawa » WASHED » birekuwe kuva kw’igenekerezo rya 1 gushika kw’igenekerezo rya 30 zukw’icenda uno mwaka. Ngo imwe  mu zindi ngingo ARFIC yafashe nuko bibujijwe ko ikawa yunguruzwa inyuma yisaha 12 z’umugoroba ngo kandi ku rwego rwa komine umudandaza wese yipfuza  kugura ikawa « WASHED » ategereza gusaba uruhusha mu rwego rwa leta rubijejwe gukurikirana igisata c’ikawa ARFIC hariko ikidodo ca Komine. Emmanuel NIYUNGEKO yamenyesheje kandi ko ku  rwego rw’intara umudandaza yipfuza kugura ikawa « WASHED » ategerezwa nawe nyene gusaba uruhusha muri ARFIC hariko ikidodo c’intara. Ngo ivyo rero biraba abadandaza banini bagura ikawa WASHED bakongera bakayijana kuyikoboza mu mahinguriro y’amakoborero. Ngo ikawa « WASHED » yose iguzwe muri komine itegerezwa kurihishwa itagisi y’amafaranga 46 ku kiro imbere yuko ijanwa. Abunguruza ikawa « WASHED » nabo, iva mu Ntara ija mu mahinguriro yabakoborero bategerezwa gusaba urusha mu ntara rwerekana iyo ikawa ijanywe hisunzwe ifiche itangwa na ARFIC. Emmanuel NIYUNGEKO yarangije amenyesha yuko bibujijwe ko ikawa yunguruzwa inyuma y’isaha 12 zo ku mugoroba. Agasaba abajejwe intwaro, inzego z’umutekano abakora mu gisata c’ikawa hamwe n’abenegihugu bose gufashanya kugira ngo izo ngingo zubahirizwe.
Iyugururwa Icetse Kuri Uno Wa Kane ry’Ihayanishwa Gurisha ry Ibidandazwa Bihingurirwa mu Burundi
Ngo abarundi barakwiye guhindura ivyiyumviro bagahingura bakongera bagakoresha ibintu vyakorewe mu Burundi kurusha ivyavuye mu mahanga. Iyo niyo mpanuro icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yahaye abarundi aho hugururwa icetse kuri uno wa kane ku kibuga tempête ihayanishwa gurisha ry’ibidandazwa bihingurirwa mu burundi. Joseph BUTORE abonako aribwo buryo bwo guteza imbere amahinguriro n’ibidandazwa vyo mu Burundi. Umupfasoni asanzwe ari umurimyi mu ntara ya Bubanza  yari muri iryo hayanishwa gurisha avuga ko  akunguko ari kenshi ngo naho atohakura amafaranga menshi mu bidandazwa vyiwe, ahakura ubumenyi bwinshi buvuye mu bandi badandaza bahahurira. Izindi nyungu nuko umuntu ahura n’abantu benshi kandi akamenya n’ibintu vyinshi. Umushingantahe nawe twahasanze asanzwe ari umworozi w’inzuki ava mu ntara ya Mwaro avuga ko kuza mw’ihayanishwa abantu baza bamutumbera bakamenya  kandi bagatahura akamaro kibihingurirwa mu Burundi batari basanzwe bazi. Ngo rero yaje cane cane gukundisha abantu mu kubabwira akamaro ntangere inzuki zifitiye abantu. Joseph BUTORE nawe avuga ko ico gikorwa kizokwama gitunganwa buri mwaka mu Burundi mu karere canke mu makungu mu ntumbero yo gushigikira abagwizatunga. Joseph BUTORE agasaba ko mu mwaka uza ubushikiranganji bujejwe ubudandaji bufadikanijwe n’abakora ivyo gutegura ihayanishwa gurisha ko botanga ubushimwe ku mashirahamwe ya mbere  azoba yerekanye ivyakorewe mu burundi gusumba ayandi.
Ingorane Zijanye n’Ibikoresho Vyo Kwubaka Utuzu tw’Idandarizo  Nivyo Vyatumye Isango Ryari Ryatanzwa Ryo Kwinjira Amasoko Mashasha Rihinduka.
copyright@iwacu Ingorane zijanye n’ibikoresho vyo kwubaka utuzu tw’idandarizo hama n’abadandaza batariha amahera yo kugura ivyo bikoresho ngo nivyo vyatumye isango ryari ryatanzwa ryo kwinjira amasoko mashasha rihinduka. Ivyo vyavuzwe na Ramadhan NKURIKIYE arongoye umugwi ujejwe amasoko mu gisagara ca Bujumbura kuri uyu wa mbere. Akaba yabivugiye mu nama yagiraniye n’abandadanza bo mw’isoko ya kinama aho yabamenyesheje ko ata mudandaza n’umwe azokwinjira mw’isoko nshasha atarariha mairie ya Bujumbura hamwe n’amafaranga ya caution bumvikanye n’ishirahamwe ririko rirabubakikira utuzu twidandarizo. Tubamenyeshe yuko gushika ubu rero ata sango rishasha riratangwa ryaho ayo masoko azokwinjirirwa. Tubamenyeshe kandi ko isango ryari ryatanzwe ryari ryo kuwa 30 Rusama uno mwaka.
Ihayanishwa Ry’ibidandanzwa Bihungurirwa Mu Burundi  n’Ibihingurirwa Mu Bihugu Bigize Akarere Ry’imisi Itatu Ryatanguye Kuri Uyu Wa Kane  Kwi Hotel Club Du Lac Tanganyika
Ihayanishwa ry’ibidandanzwa bihungurirwa mu Burundi  n’ibihingurirwa mu bihugu bigize akarere ry’imisi itatu ryatanguye kuri uyu wa kane  kwi hotel Club du Lac Tanganyika mu gisagara ca Bujumbura. Uko bishikirizwa n’uwurongoye ishirahamwe ryabafise amahinguriro mu burundi olivier SUGURU ngo iryo hayanishwa ni akaryo kadasanzwe ku bafise amahinguriro mu Burundi ko kumenyekanisha ivyo bahingura no kwunga ubucuti n’ayandi mahinguriro yo mu karere. Umwe mubahanisha ivyo bidandazwa ashimishwa nico gikorwa akavuga ko mu misi itatu bazoba bunze ubucuti n’abaje bava hanze y’igihugu. Ku ruhande rw’abaguzi  nabo nyene ngo barashima ico gikorwa co guhayanisha ibihingurirwa mu Burundi ngo  kuko ico gikorwa gituma  hamenyekana intambwe u Burundi bugezeko kandi bigatuma  abaje bava hanze y’igihugu babona yuko bashobora  gukoresha ibintu bihinguriwe mu Burundi. Kubwa olivier SUGURU ngo yihweje aho abandi bageze ngo u Burundi buri inyuma mugabo  abarundi bariko baragerageza guhamvya ibihugu vyo mu karere. Tubamenyeshe ko iryo hayanisha ry’ibihingurirwa mu burundi n’ibihingurirwa mu bihugu bigize akarere rizohera kuri uyu wa gatandatu rikaba ari irya mbere riteguwe n’igihugu c’u Burundi.
Amasoko 4 Mu Masoko 7 Yasubiwemwo  Mu Gisagara Ca Bujumbura Azokugururwa kuwa 30 Rusama Uno Mwaka
Amasoko 4 mu masoko 7 yasubiwemwo  mu gisagara ca bujumbura azokugururwa kuwa 30 Rusama uno mwaka. Ivyo bikaba biri mw’itangazo ryasohowe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA. Muri iryo tangazo amenyesha yuko ayo masoko ane agiye kwugururwa ubwa mbere imiryamgo yayo kw’igenekerezo rya 30 ukwezi kwa Rusama ni isoko rya Kinama, isoko ya Jabe, isoko yo ku Musaga hamwe n’isoko yo mu Ruziba. Freddy MBONIMPA akaba avuga ko umudandaza azogera kw’igenekerezo rya 30 ataraheza kuriha amafaranga yo kwubaka utuzu twidandarizo ko ikibanza azoba yararonse kizoca gihabwa uwundi mudandaza . Akaba yibutsa ko ibibanza baronse arivyo imfata kibanza. Kuyandi masoko asigaye nayo  nk’isoko ya Kinindo, Ngagara hamwe na Kanyosha, umukuru w’igisagara ca Bujumbura asaba abadandaza bayo masoko ko bonyarutsa kuriha ningoga amafaranga yo kwubaka ubudandarizo kugira ngo bamenyeshwe itariki bazotangurirako. Freddy MBONIMPA akamenyesha kandi ko ayo masoko ko yuguruwe, inyuma y’igenekerezo rya 30 rusama amasoko bahora bakoreramwo azoca yugarwa. Tubibutse yuko ibikorwa vyo gusubiramwo ayo masoko 7 yo ngaha mu gisagara ca Bujumbura yari yatanguye mu ntango zu mwaka 2016.
Abashingamateka Bemeje Integuro y’Itegeko Rigenga Amasezerano Yuko u Burundi Bwokwinjira mw’ibanki Nyafrica y’Urudandazwa Rwinjira N’urusohoka AFREXIM BANK
copyright@infoGrands lacs Inama Nshingamateka yemeje kuri uyu wa kane integuro y’itegeko rigenga amasezerano yuko u Burundi bwokwinjira mw’ibanki nyafrica y’urudandazwa rwinjira n’urusohoka AFREXIM BANK. Nkuko umushikiranganji w’ikigega ca leta Domitien NDIHOKUBWAYO yabishikirije ngo  iyo banki izogirira akamaro kanini u Burundi mubijanye n’ubutunzi. Umushikiranganji w’ikigega ca leta  Domitien NDIHOKUBWAYO yasiguriye abashingamateka akarusho u Burundi buzokura mw’i banki  AFREXIM mu gihe rwoyishiramwo umutahe  aho buri igihugu cateye umukono mu masezerano rwishinga ryiyo banki gisabwa amafaranga angana 3.900.000.000 za marundi. Ngo rero mu ntumbero yo kwongereza ayandi mahirwe yo kuronka ingurane ariko ico gihugu nyene kikaba gifise uburenganzira bwo kwongerako ayandi mafaranga  mu mutahe. Domitien NDIHOKUBWAYO  yabandanyije avuga yuko u Burundi buzoronka akarusho kuko iyi bankI isanzwe ikorera mu bihugu vyinshi vyo muri africa  kandi imaze kurangura ibitari bike biboneka mu bijanye n’ugufasha mu kwubaka ama barabara, mu kwubaka ibibuga vy’indege, mu gushigikira imigambi y’uburimyi , mu gushigikira imigambi yo gucukura ubutare . Kubwa Domitien NDIHOKUBWAYO, ngo u Burundi burafise amatungo kama adasanzwe ashobora gutuma ubutunzi bwiyongera. Ngo rero u Burundi burakenera amafaranga yo kugira ubutunzi bufise buvemwo inyungu ari naho iyo  banki nayo yogira ico iterereye kugira ngo iyo migambi ishobore kuranguka. Domitien NDIHOKUBWAYO  yamenyesheje kandi yuko hoba  akarusho kanini rwose u Burundi bushoboye kwinjira muri iyo banki, kuko ku ruhande rumwe, imitahe  u Burundi buzoshiramwo  izovyara inyungu, ku rundi ruhande u Burundi buzokuramwo uguhanahana uburyo kugira imigambi y’iterambere leta ishire imbere ishobore kuronka uburyo bwo kuranguka. Tubamenyeshe yuko iyo banki  ifise icicaro i Caire mu gihugu ca Egypte. Hama bimwe mu bihugu biyifisemwo imitahe ni Congo Brazzaville, Cameroun, Ouganda, Kenya, Gabon, Tanzanie, u Rwanda n’ibindi. Tubamenyeshe yuko abashingamateka bahejeje guca hirya no hino ibijanye niyo nteguro y’itegeko bakaba baciye bayemeza ijana kwijana. Ku bashingamateka 106,95 bakaba bitavye iyo nama hamwe na 11 batumye.

Burundi # indero: Ikiringo c’Umusi Umwe Nico Cahawe Abavyeyi Kugirango Bandikishe Abana mu Mwaka Wa Mbere w’Ishure Nshingiro.
Ubuyobozi bw’Indero,
Inyigisho, Ubuhinga n’Imyuga mu Gisagara ca Bujumbura butanga ikiringo c’Umusi
umwe w’igenekerezo rya 20 Myandagaro 2019 ngo abavyeyi bandikishe abana babo mu
mwaka wa mbere w’Ishure Nshingiro mu mashure ya Leta.  Patrice TUHABONIMANA, umuyobozi w’Indero muri Mairie ya Bujumbura asigura yuko  baherutse gusohora itangazo ryerekana ingene abana bo mu wa mbere bategerezwa kwiyandikisha bikaba biteguwe yuko bazokwandika itariki rya 20 Myandagaro 2019. Patrice TUHABONIMANA
asigura kandi yuko iryo yandikwa rizoba ku musi umwe ritangurire rimwe rihere
kuri uyo musi ku bavyeyi bose. Ngo bafashe
iyo ngingo kubera ko basanze ko iyo batanze imisi myinshi, umwana umwe yandikwa
ku mashure nk’icuro nka 5 canke 6.  Patrice HABONIMANA
abandanya asigura yuko  kuri rapport ya
mbere yo gutangura umwaka ariyo rentrée scolaire kesnhi usanga hahevye nk’abana
barenga nk’amajana atanu, amazina ugasanga ni yayandi ya ba bana biyandikishije
nk’incuro zingahe. Ugasanga abana barikuronka nk’ibibanza babibuze kuko mu
gisagara abana bose bataronka ibibanza kubera ari abana benshi cane.  Ngo kugira rero vyorohe, abavyeyi barabisavye ko umusi wo kwandikisha abana woba umwe. Ubuyobozi bw’Indero bugapfuma bugwiza abantu bandika, ico gikorwa kikabera rimwe mu mwanya muto atabiriwe baratonda umurongo. Twobamenyesha
yuko iryo tangazo ryatanzwe n’ubuyobizi bw’indero ryerekeye amashure ya leta
gusa.
#Burundi: Ikibazo Gitanga Uburenganzira Bwo Kuja Mu Gice Ca Kabiri c’Ishure Nshingiro.
Kuri uno wa kabiri niho hatangura mu gihugu cose ikibazo gitanga uburenganzira bwo kubandanya igice ca kabiri c’ishure nshingiro ku rwego rw’igihugu. kw’ishure ryisumbuye ryo ku musaga aho twashika twasanze abanyeshure batanguye gukora ikibazo. Umuyobozi w’iryo shure, umupfasoni Frédérique NTANDIKIYE yatumenyesheje yuko ku banyeshure 435 bari bitezwe gukora ico kibazo kuri iryo shure, 6 nibo batatonze ku nvo nawe nyene atashoboye kumenya. Icibonekeje kuri iryo shure nyene ni umunyeshure yatonze atari yandistwe ariko yerekanye urupapuro rumwemerera gukora akaba yahavuye aronswa inumero co kimwe n’abandi. Amashure atatu yiyongera kuri iryo shure yakoreye ikibazo ni shure les chérubins, Nouvelle Référence hamwe na New School. Irindi shure twagendeye n’ishure ry’akarorero ryo mu ngagara. Ku banyeshure 296 bari bitezwe gukorera kuri iryo shure, umwe wenyene niwe atatonze. Kuri iryo shure ry’akarorero ryo mu ngagara hahuriye ayandi mashure atatu ariyo ECOFO quartier ya kane yo mu Ngagara, ishure ryitiriwe la Fontaine, hamwe n’iryitiriwe Amitie, yose hamwe akaba ari amashure ane. Ndayizeye Yollande ahagarariye ico kibazo cakorewe kuri iryo shure yatumenyesheje  ko muri rusangi ikibazo cagenze neza kuko catanguriye ku gihe.  Yollande akavuga ko akabazo kashoboye kuboneka ari kamwe aho abanyeshure bamwe bamwe babaha impapuro zidatonze neza, hakaja hejuru urutegekanijwe kuja hasi, gaca kaba akabazo gategerezwa kubanza kwigwa kugira ngo bashobore kubaha uzindi kugira bakore neza. Ico kibazo kimaze kurangira twavuganye n’umwe mu banyeshure bagikoze. Uwo munyeshure akavuga ko ikibazo cagenze neza cane kuko babahaye umwanya ukwiye. Tubamenyeshe yuko ico kibazo catanguye kuri uyu wa kabiri kizohera kuri uyu wa kane. Abanyeshure  barenga ibihumbi 90 nibo bariko barakora ico kibazo ku rwego rw’igihugu nkuko vyashikirijwe n’ubushikiranganji bw’indero.
#Burundi: Ukwisiga Birenze Birabujijwe Ku Banyeshure mu Burundi
Mw’itangazo ryasohowe mu mpera z’indwi irangiye,  ubushikiranganji bw’indero inyigisho z’ubuhinga n’imyuga buragabisha umunyeshure azofatwa ko ata kibanza azoba agifise ku mashure yaba ya leta canke y’abigenga mu Burundi. Mu iryo tangazo umushikirangaji Janvière NDIRAHISHA yibutsa ko ivyo bitegekanijwe mw’itegeko rigenga amashure mu Burundi mu ngingo yaryo ya 28 agace ka 7. Ahamagarira abanyeshure kugira isuku bisanzwe bakirinda kurenza urugero n’imyambaro ziteye isoni. Umushikiranganji NDIRAHISHA akababazwa nuko vyibonekeje ko abanyeshure barenga iyo ngingo muri ino misi mu kugira ibicapo bitandukanye ku bice vy’imibiri yabo ivyo bita tatouage mu gifaransa. Asaba abavyeyi n’abarezi guhagurukira iyo ngendo kugira basubize ku murongo abana babo
#Burundi: Abanyeshure Bananiwe Ivyigwa Mu Myaka y’Icenda y’Ishure Nshingiro Bafise Amanota Make Bagiye Kuja Mu Mashure y’Imyuga.
Abanyeshure bananiwe ivyigwa mu myaka y’icenda y’ishure nshingiro bafise amanota make bagiye kuja mu mashure y’imyuga, abatoye i kibazo ca leta co mwaka w’icenda nibo bemerewe kwiga ku mashure akurikira amashure nshingiro. Ivyo vyafundikiwe mu nama nshikirananji yakoranye muri ino ndwi yabereye ku mugwa mukuru wa politique i Gitega. Prosper NTAHOGWAMIYE umunyamabanga  akaba n’umuvugizi wa leta akavuga ko iyo ntegura nshasha ari itegeko rigenga inyigisho rikaba ryashikirijwe n’umushikiranganji w’indero, inyigisho z’ubuhinga n’imyuga. Prosper NTAHOGWAMIYE amenyesha yuko mw’ishirwa mu ngiro ry’itunganywa gushasha ryi’nyigisho ryatanguje ishure nshingiro kuva mu mwaka 2013 harashizweho ikibazo ca leta giha uburenganzira umunyeshure kuja mu mashure akurikira ishure nshingiro. Ico kibazo kikaba cakozwe irya mbere mu mwaka wa 2015 ushira umwaka 2016. Ngo gushika uyu musi ico kibazo kirekuriwe abanyeshure bose biga mu mwaka w’icenda haba mu mashuri ya leta canke ayabigenga. Ngo abatoye ico kibazo rero nibo bemerewe kwiga ku mashure akurikira amashure nshingiro naho ibibazo vyo mw’ishuri biba vyabananiye. Prosper NTAHOGWAMIYE asigura yuko abananiwe n’ico kibazo ca leta baja mu migwi ibiri. Ngo umugwi wa mbere nuw’abafise amanota meza mw’ishure, abo baca baja kwiga mu mashuri y’imyuga. Umugwi wa kabiri ni ababa baronse amanota adakwiye mw’ishuri ngo abo bashobora gusubiramwo umwaka bivanye n’ibibanza bihari n’amanota baronse.
#Burundi: Amanota Aha Uburenganzira Abanyeshure Kuja Muri Kaminuza Amenyeshwa Kuri Uyu Wa Kane.
Kuri uyu wa kane niho haza kumenyeshwa icese amanota ya nyuma abanyeshure baronse muri ca kibazo ca leta gitanga uburenganzira bwo kuja muri kaminuza Nkuko bimenyeshwa n’icegera c’uwurongoye umurwi ugitegura, Pacelli IZONKIZA mu gisagara ca Bujumbura, amanota aza kumanikwa kw’ishure ETS yahoze ari Athénée primaire. Pacelli IZONKIZA akanavuga kandi ko abobona utunenge dutoduto twobamwo ko bokwihuta kutumenyesha kugira ngo hategurwe icegeranyo ntabanduka.
#Burundi: Ingingo Yo Kubuza Ama Kaminuza 9 Kwakira Abanyeshure Bashasha Mu Mwaka w’Ishure Wa 2018-2019 Ngo Yafashwe Mu Ntumbero Yo Gusubiza Akanovera Inyigisho Za Kaminuza.
Gaspard BANYANKIMBONA mu kiganiro yahaye abamenyesha makuru kuri uyu wa mbere yamenyesheje yuko bafashe iyo ngingo yo kubuza ama kaminuza amwe amwe kwakira abanyeshure muri uyu mwaka kuko basanze abanyeshure bose biga za kaminuza baja kw’isoko rimwe benshi bakunda kuboneka yuko batize neza iyo bahejeje. Ngo ubu bagomba kurabe uko binjira, ko binjira bose bafise ibisabwa. Abatunganya ivyigwa nabo ngo barabe yuko babitunganya koko bafise ibikenerwa nabo banyeshure bivanye n’ivyigwa bagiye kwigisha. Umushikiranganji Gaspard BANYANKIMBONA ajejwe inyigisho za kaminuza avuga ko hagiye kuza haramenyeshwa ku mwaka ku mwaka ibisata birekuriwe kwakira abanyeshure kugira abantu ntibazimire canke bazimagirike bata umwanya baja kwinjira mu bisata bitarekuwe. Ayo ma kaminuza rero ngo bayafatiye ingingo ko atakira abanyeshure mu kugira bayafashe kugira yo nyene ntagwe mu kaga canke ngo ate mu kaga abana b’u Burundi. Tubamenyeshe yuko Gaspard BANYANKIMBONA adahakana koko  yuko hariho ama kaminuza igikorwa co gusuzuma kitagikozwe. Ngo igituma batagikoze ni kubera ko basuzumye ama kaminuza n’imiburi buri amaze gusohora abahejeje.
#Burundi: Abanyeshuri Biga Igice Ca kabiri c’Amashure Nshingiro y’Abigenga Batatoye Ikibazo c’Umwaka w’Icenda Ngo Nta Mpapuro z’Umutsindo Bazoronswa.
Abanyeshuri biga igice ca kabiri c’amashure nshingiro y’abigenga batatoye ikibazo c’umwaka w’icenda ngo boba barakinjura bakaja mu mashure y’imyuga kuko ata mpapuro z’umutsindo bazoronswa. Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushiikiranganji bw’indero mu kiganiro ku bamenyeshamakuru kuri uno wa gatatu. Juma Edouard avuga ko iyo ngingo rero iraba abanyeshure bose bazi yuko batamenye ikibazo ca leta kibaha uburenganzira bwo kuja kwiga mu bisata vyo mu mashure y’ubuhinga y’inyuma y’ishuri nshingiro. Ngo abo banyeshure bari mu myaka ya mbere n’iya kabiri yo mu bisata bitandukanye vyo mu mashure nshingiro y’abigenga boba baragenda hakiri kare kwiyandikisha mu mashure y’imyuga nkuko amategeko y’ubushikiranganji abitegekanya. Edouard Juma amenyesha kandi yuko ubushikiranganji bw’indero n’inyigisho y’imyuga bwagomba gusaba kandi abayobozi b’amashure ko bokwisunga ibi bikurikira mu gutunganya amashure bajejwe: Ngo ubwa mbere gusuzuma ko ama dossiers y’abanyeshure na cane cane bashasha akwije ibisabwa n’amategeko. Ubwa kabiri gutanga ningoga ama dossiers y’abanyeshure bagiye kwiga mu yandi mashure. Ubwa gatatu kutigera bemerera ko abanyeshure bijanira ama dossiers ku mashure bagiye kwigako. Ubwa kane kudatanga urupapuro rw’umutsindo ku munyeshure wese dossier yiwe idakwije ibisabwa n’amategeko
#Burundi: Kwigisha Indimi Zine Guhera Mu Mwaka Wa Mbere w’Ishure Nshingiro Biratuma Umwana Adatera Imbere Neza Muvy’Ubumenyi.
Ukwigisha indimi zine igifaransa, ikirundi, igiswahili, n’icongereza guhera mu mwaka wa mbere w’ishure ngo biratuma umwana adatera imbere neza muvy’ubumenyi. Inama nshikiranganji ikaba iherutse kwemeza ko hari intambamyi zikomeye mu kwigisha  izo ndimi mu bice bitatu vya mbere vy’ishure nshingiro. Prosper NTAHOGWAMIYE, umunyamabanga mukuru wa leta akaba n’umuvugizi wayo avuga ko izo ntambamyi ari ubumenyi buke bw’abigisha mu ndimi z’icongereza n’igiswahili, ukugene abigisha bataba bararonkejwe inyigisho zibategurira kwigisha izo ndimi, indimi mvamahanga zihurira ku mwana akiri muto haba mu kuzivuga no mu kuzandika bigaca bimuzazanira, umwanya muto wo kwiga ururimi rw’ikirundi n’igifaransa kuko umwanya wo gukomeza izo ndimi zibiri uca ugaburwa n’indimi zine. Prosper NTAHOGWAMIYE amenyesha yuko kubera izo mvo, iyo nteguro irashikiriza ingene izo ndimi zine zokwigishwa. Ngo mu mwaka wa mbere hazokwigishwa kwandika ikirundi no kuvuga igifaransa. Mu mwaka wa kabiri hazoca hatangura kwigishwa kwandika igifaransa. Mu mwaka wa gatatu hazotangura kwigishwa kuvuga icongereza hanyuma kucandika bihere mwaka wa gatanu. Mu mwaka wa gatanu hazotangura kwigishwa kuvuga igiswahili, ukucandika bitangurire mu mwaka wa gatandatu. Guhera mu mwaka wa kane ikirundi n’igifaransa bizobangikanwa mu kwigisha ibiharuro n’ibijanye n’ubuhinga bimwe bita mu gifaransa ″sciences et technologies″mu gutegura umunyeshure kuvyiga mu gifaransa kuva mu mwaka wa gatanu. Prosper NTAHORWAMIYE amenyesha yuko abashikiranganji bamaze guhanana ivyiyumviro kuri iyo nteguro barayemeje, baraterera n’ivyiyumviro kugira ngo isubirwamwo ry’inyigisho rigende neza kuruta na cane cane basaba ko hotegekanywa ikiringo cotegura ukuva mu buryo bwo kwigisha bukoreshwa ubu hagatangura uburyo bushasha.
#Burundi: Gitega, Inama Nkenguzamateka Mu Birori Vyo Guhimiriza  Kurwanya Inda Z’indaro Mu Mashure.
Kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 12 Kigarama, Inama Nkenguzamateka ifadikanije n’ishirahamwe UNFPA ryatunganije ibirori vyo guhimiriza kurwanya inda z’indaro mu mashure. Ivyo bikaba vyabereye mu ntara ya Gitega aho umukuru w’Inama Nkenguzamateka Révérien NDIKURIYO yashimiye cane abarongoye amashure bitanze cane mu kugabanya bivuye inyuma ibitigiri vy’abanyeshure batwara inda. Muri ivyo birori hakaba hatanzwe ubushimwe ku ma DCE n’ama DPE yarushije ayandi mu kugabanya inda z’indaro mu mashure. Uwuserukira UNFPA mu Burundi, Dr Richmond TIEMOKO akaba yavuze ko ishirahamwe arongoye ryishinze guteza imbere agateka k’umwigeme mu myaka itanu iri imbere.
Ngo Umwigisha Yahagaritse Kwigisha Kugira Abandanye Ivyigwa Vyiwe Ntiyarakwiye Kugira Ingorane Yo Gusubira Mu Kazi.
Ngo umwigisha yahagaritse kwigisha kugira abandanye ivyigwa vyiwe ntiyarakwiye kugira ingorane yo gusubira mu kazi. Emmanuel MASHANDARI arongoye syndicat y’abigisha  CONAPES abona kandi yuko umurwi utanga akazi wari ukwiye guhera kuri abo bigisha na rirya ubukene bw’abigisha bwibonekeza mu bice bitandukanye vy’igihugu. Umukuru wa syndicat CONAPES abivuze mu nyuma yaho bamwe mu bari bafise imyaka 3 ya kaminuza bavuze ko bumwe mu buyobozi  bw’indero mu ntara butabakira kandi bafise amakete y’ubushikiranganji abemerera gusubira mu kazi inyuma yukurangiza imyaka itano ya kaminuza. Emmanuel amenyesha kandi yuko bamaze kubona ibitigiri vy’abigisha bamaze kubitura bababwira yuko bahawe uburenganzira n’ubushikiranganji bwo kuja kwiga kugira bongereze ubumenyi. Emmanuel MASHANDARI amenyesha kandi yuko icibonekeza ari uko bavuye kwiga bazanye urupapuro rwa IPEA 5 basubiye kuja gusaba akazi mu bushikiranganji ntibashoka babakira. Ngo vyiza rero nuko ubushikiranganji bw’indero bwoca  bubaronderera akazi ahandi kugira ngo bwa bumenyi bavuye kwongereza bushobore kugirira akamaro abana.
Amanota 70/200 Niyo Yafatiweko Ku Banyeshure  Bakoze Ikibazo Kibaha Uburenganzira Bwo Kwinjira Mu Gisata Kigira 2 c’Ishure Nshingiro
Amanota mirongo indwi ku majana abiri (70/200) niyo yafatiweko ku banyeshure  bakoze ikibazo kibaha uburenganzira bwo kwinjira mu gisata kigira 2 c’ishure nshingiro. Ijana na cumi ku majana abiri (110/200) nayo yafatiwe ko ku banyeshure bazoja mu mashuri atunganya ivyigwa vy’ubuhinga namwe yabazoja kwigisha abandi canke abafise uburaro. Ivyo vyameneshejwe n’umushikiranganji w’indero, ubuhinga n’imyuga mu iganiro yagiranye n’abamenyesha makuru kuri uyu wa kabiri. Janvière NDIRAHISHA akamenyesha ko amashure yabigenga yaronse amanota ari musi y’ibice mirongo ibiri kw’ijana yategerezwa kwugara ariko ko amwe ataronse n’umunyeshure yamenye, ubushikiranganji bwaciye buyaca mu migwi ibiri.
Abana Barangije Umwaka Wa Gatandatu Barondera Kungurizwa Mu Mashuri Y’Akarorero Bakoze Kuri Uyu Wa Kane Ikibazo  Ca Leta
Abana barangije umwaka wa gatandatu barondera kungurizwa mu mashuri y’akarorero bakoze kuri uyu wa kane ikibazo ca leta. Mu gisagara ca Bujumbura abavyeyi bamwe bamwe bagasaba ko hoba umuco kubijanye n’amanota bafatirako kugira umwana yinjire mw’ishuri nk’iryo mu mwaka w’indwi. Umwe mu bavyeyi twavugishije avuga ko ikibazo aho kiri ari uko abavyeyi bamwe bamwe bafise abana bakoze ikibazo c’ubwa mbere nic’ubbw’akabiri bidoga cane ko batamenya ingene bigenda kuko ngo bakoze ibibazo impapuro ntibazironka  nkuko kubindi bibazo vyari bisanzwe bigenda. Ngo kuko iyo ubonye urupapuro uravuga uti nabitoye canke nananiwe. Ngo ikindi kibazo nuko abavyeyi batamenya amanota bafatiyeko. Ngo vyoba vyiza babivugiye kw’iradio abantu bose bakavyumva bakabimanika ku bibanza vyinshi kugira ngo umuntu wese abibone. Uyo muvyeyi yarangije asaba yuko vyojamwo umuco rwose kugira ngo ayo makenga ahere, ako gahigihigi abavyeyi bagira bati kuber’iki umwana wanje atarimwo, gahere. Ngo nkuko umukuru w’igihugu yabivuze dukurikize ubutungane incabwenge zishirwe imbere, tugire ishure ry’akarorero aho tuziga abategetsi  beza bindongozi.  Ngo ababijejwe nibakurikize ico ciyumviro c’umukuru w’igihugu. Ku ruhande rw’uwurongoye umugwi watunganije ico kibazo ku rwego rw’igihugu arahumuriza. Hilaire BARANSHARITSE yemeza ko umuco wari usanzwe urimwo haba mu nteguro y’ikibazo canke mu kugicungera kiriko kirakorwa. Ngo baranategekanya kwerekana abana impapuro bazoba barakoreyeko kugira bamenye amanota baronse. Hilaire BARANSHARITSE yemeza yuko, mu ntumbero yo kugira ayo makenga abenegihugu bafise ahere, bateguye uno mwaka gukorera kuri za mpapuro ziyandikako musi ari zo bita ‘’auto copiant’’ bisigura yuko ngo bategekanya yuko bahejej gukosora bazoca batanga impuro abanyeshure bakaraba amanota baronse. Ngo rero iyo bamaze guca kuri izo ngazi zose kubera ko umunyeshure aba azi amanota yaronse, hari ivyo bakosora bakabikosora,  bakongerako ayo bongerako basanze bikenewe hama mu nyuma bagaca  bamanika ayo manota aho abantu bashobora kuyabona. Tubamenyeshe yuko igitigiri  rusangi c’abana bakoze ico kibazo kingana n’ibihumbi 25 mu Burundi bwose.
Ikibazo Co Kwinjira Mu Mwaka w’Indwi w’Ishure y’Akarorero  Kizokorwa Kuri Uyu wa 4.
Ikibazo co kwinjira mu mwaka w’indwi w’ishure y’akarorero ivyo bita école d’excellence mu rurimi rw’igifaransa kizokorwa kuri uyu wa 4. Ivyo bikaba biri mwitangazo ry’ubushikiranganji bw’indero aho bumenyesha  kandi ko abanyeshure bari mu rutonde rwo gukora ico kibazo bategerezwa kuba barungitswe n’ishuri bavako bakibangikanya urupapuro rw’amanota baronse rukaba ruzoba ruriko n’ikidodo c’ishuri hamwe n’umukono w’umuyobozi waryo. Ubwo bushikiranganji bakamenyesha kandi yuko abanyeshure bategerezwa kuza bimosheje umushatsi kandi bambaye umwambaro w’ishuri.
Abavyeyi b’Abanyeshuri Babujijwe Gukora Ikibazo Ca Leta Ku Mvo z’Imishatsi Bidogera Iyo Ngingo.
Abavyeyi b’abanyeshuri babujijwe gukora ikibazo ca leta ku mvo z’imishatsi bidogera iyo ngingo bavugako ari akarenganyo abana babo bagiriwe na cane cane ko iyo ngingo ifata abigeme gusa. Bakavuga ko badategera ingene iyo ngingo ifata abana bamwe ikareka abandi. “Akamo k’umushikianganji twagaragakurije gusa ntidushobora kumenya igipimo.” Ivyo vyavuzwe n’umwe mu bavyeyi b’abana bankiwe gukora ikibazo. Ngo iyo ngingo iragoye mu gihe hari bamwe mu banyeshui bariko barakora ikibazo imishatsi  isumba iyabo. Uwundi muvyeyi ngo atangazwa no kubona abanyeshuri bankiwe gukora ikibazo ari abigeme gusa  ariko bagenzi babo b’abahungu mbere bafise n’imishatsi isumba iyabo eka bateretse n’ubwanwa bo bari mw’ishuri bakora ikibazo ukuri kwamye. Abo bavyeyi ngo bagatanzwa no kubona ari abigeme gusa bafatwa niyo ngingo ngo kuko umwana w’umuhungu n’umwana w’umukobwa barangana. Ngo abana bose mu mategeko barangana rero ntivyumvikana ingene bosohora abigeme gusa . Abo bavyeyi basaba reoro yuko  umushikiranganganji yoca inkoni ngufi ubwo busa bw’umusi umwe bakaburonka ntakundi hanyuma mugabo bashobore kubandanya ibibazo bashobore kuba kazoza k’ejo.
Abanyeshure Bo Myaka y’Icenda Bakoreye Ca Kibazo Ca Leta kw’Ishure Ry’imyuga  Rya Mitakataka Mu Ntara Ya Bubanza Bahamagarirwa Gutonda Kuri Iryo Shuri Kuri Uyu Wa gatanu Gusubiramwo Ibibazo Vya Sciences Humaines Na Entrepreneuriat
Abanyeshure bo myaka y’icenda bakoreye ca kibazo ca leta kw’ishure ry’imyuga  rya Mitakataka mu ntara ya Bubanza bahamagarirwa gutonda kuri iryo shuri kuri uyu wa gatanu gusubiramwo ibibazo vya sciences humaines na entrepreneuriat. umuyobozi w’indero n’inyigisho muri iyo ntara, Philibert HABONIMANA agasaba uwari we wese kubimenyesha abanyeshure begwa n’ivyo bibazo. Kubwa  Philibert HABONIMANA  ngo ivyo bibazo  vyerekeye amashuri ashika kuri ane yakoreye kw’ishuri ry’imyuga rya mitakataka. Ngo hariho ishuri nshingiro  rya Gatura, ishure nshingiro rya Mitakataka ishure nshingiro rya Gahongore hamwe na ishure nshingiro rya Randa. Ngo icatumye basubiramwo ico kibazo, Philibert HABONIMANA amenyesha yuko  hariho abantu bafunzwe uwari arongoye iyo centre ya Mitakataka n’umuyobozi w’ishuri rimwe muri ayo mashure, umuyobozi w’ishure nshingiro rya Gahongore bagirijwe ubusuma yuko bakoreye abana bariko barakorera kuri iyo centre. Urubanza rwaraciwe abo bayobozi barafunzwe. Ngo nivyo vyatumye abo bana basubiramwo ivyo bibazo vyoba vyaribwe. Tubamenyeshe yuko itangazo rihamagarira abanyeshure guja gusubiramwo ivyo bibazo riguma rica kuri radio Nderagakura.
Ikibazo Gitanga Uburenganzira Bwo Kubandanya Inyigisho Za Kaminuza Catanguye Kuri Uyu Wa Kabiri mu Gihugu Cose.
Ikibazo gitanga uburenganzira bwo kubandanya inyigisho za kaminuza catanguye kuri uyu wa kabiri mu gihugu cose. Umushikiranganji w’indero aho yari yishikiye kuri lycée notre Dame de Rohero kwirabira uko ico kibazo cariko kirakorwa yahanuye abanyeshuri kutarabiranirako ngo uwuzofatwa akaba atazobandanya gukora. Aho twashoboye guca ico kibazo cariko kiragenda neza. Kuri lycée du lac Tanganyika hakaba hariko harakorera abanyeshure 1764 bavuye ku mashure 9. Nayo kuri lycée notre Dame de Rohero aho umushikiranganji w’indero yari yishikiye kuraba ingene ico kibazo kiriko kiragenda hakoreye abanyeshure 561 bavuye ku mashure 5. Janvière NDIRAHISHA yamenyesheje ko ico kibazo kiriko kiragenda neza agahanura abanyeshure batubahirije ingingo y’ubushikiranganji kwikubita agashi atari uko ntibazokwemererwa kubandanyanya bakora ico kibazo. Janvière NDIRAHISHA yamenyeshe yuko abanyeshure bari bababwiye ko bategerezwa kwubahiriza itegeko rigenga indero mu mashure yose haba ya leta canke y’abigenga. Uwo mushikiranganji yamenyesheje kandi yuko  basanzeho abigeme n’abahungu batitunganije ariko ko kubera ari umusi wa mbere babaretse ariko ejo bagarutse uko bari batazogaruka gukora. Janvière NDIRAHISHA  yarangije ahanura  abanyeshuri bariko barakora ico kibazo kwirinda kwerekana inyishu kuko uwuzofatwa azohanwa bimwe vyakarorero. Ku bigisha nabo, umushikiranganji w’indero akabasaba kuzokosora ivyo bibazo mu bwitonzi ntangere ata we barenganije. Tubamenyeshe ko ico kibazo catanguye kuri uyu wa kabiri kizorangira ku musi wa 4.
Amafaranga y’Ishure n’Izindi Ntererano Zisabwa Abavyeyi Ngo Bigiye Kunganishwa Haba Ku Mashuri y’Abigenga Canke Ya Leta.
Amafaranga y’ishuri n’izindi ntererano zisabwa abavyeyi ngo bigiye kunganishwa haba ku mashuri y’abigenga canke ya Leta. Ivyo biri mu vyemejwe mu nama yabashikiranganji yabaye kuri uyu wa gatatu. Icatumye iyo nteguro yigwa ngo nuko hari amashuri yigenga atoza amafaranga y’umurengera bigatera akajagari mu mashuri atandukanye. Philipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa leta amenyesha yuko abashikiranji baravye integuro y’itegeko nshikiranganji ringanyisha amahera y’ishuri n’izindi ntererano zisabwa abavyeyi mu mashuri nshingiro nko mu mashuri nshingiro nderabigisha, ay’imyuga, n’ayigisha ivy’ubuvuzi yaba ya Leta canke amashuri y’abigenga imyitwarariko yayo kugira ngo inyigisho zishikire bose. Ngo amategeko ahari gushika ubu ni kubijanye n’amahera arihishwa amashuri ya leta gusa. Bigaca bituma abigenga bashinga  amahera y’ishuri n’izindi ntererano uko bishakiye ivyo navyo bigatuma amashuri yigisha bimwe arihisha amafaranga ku rugero rutari rumwe. Ivyo rero vyatumye amashuri y’abigenga  akorera kurico gihengeri c’amategeko mu kwegeranya amahera bikaba arivyo biza imbere yo gutanga ubumenyi. Amahera  arihishwa akaduzwa ivyo navyo bigatera ubukene mu miryango. Kubwa Philipo NZOBONARIBA ngo iyo nteguro yizwe mu nama nshikiranganji yo kwa 14 Ntwarante  2018, aho yari yasubijwe inyuma kugira ngo habanze hirwe urutonde rw’amashuri ari kurugero rumwe mu buhinga ashirwe mu murwi umwe yongere asabwe bimwe. Philipo NZOBONARIBA yarangije amenyesha yuko Inama y’abashikiranganji yihweje iyo nteguro yashikirijwe hama isanga yarafatiye ku vyari vyarasabwe ica irayemeza.
Abanyeshuri Biga Muw’Icenda Kuri Uyu Wa Kabiri Batanguye Gukora Ikibazo Ca Leta  Kizobaha Uburenganzira Bwo Kuja Mu Gice Ca Kabiri C’Ishure Nshingiro.
@VOA Africa Abanyeshuri biga mu w’icenda kuri uyu wa kabiri batanguye gukora ikibazo ca leta  kizobaha uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri c’ishure nshingiro. Aho twashoboye kugendera nko kuri lycee du Lac ikibazo cagenze neza aho twashika isaha 2 zo mu gatondo twasanze abanyeshuri bose batanguye ikibazo. Kuri centre suédois aho bamwe bakoreye ico kibazo bamwe mu banyeshure bahakoreye nabo ku mashure ya lycee municipale kanyosha ya mbere nabo kuri kanyosha ya 2 hamwe nabo kuri complexe scolaire de kanyosha. Hakaba hari ibibanza vyo gukoreramwo ico kibazo birenga bitanu kimwe kimwe kikaba cari kirimwo abanyeshuri bari hagati yijana na mirongo itanu na majana atatu. Ku biharuro twashoboye kuronka vyerekana ko abanyeshure bari bitezwe baje nka bose kuko hasivye umwe canke babiri. Kuri municipal kibenga naho aho twashika igihe c’isaha 6 abanyeshuri bambere bari bahejeje ibibazo vyose vyari bitegekanijwe gukorwa kuri uyu wa kabiri bamwe bakavuga ko vyari vyoroshe abandi bakavuga ko batorohewe cane cane mu cigwa ca sciences humaines. Ngo vyinshi bari bavyize naho sciences humaines yari igoye. Ngo kuwize yagitoye kuwutize nawe vyamugoye. Tubamenyeshe ko ico kibazo kizomara imisi itatu gushika igenekerezo rya 7 ruheshi
Ikibazo Ca Leta Co Mu Mwaka wi 9 Kizokorwa Kuva Igenekerezo Rya 5 Kugera Igenekerezo Rya 7 Ruheshi 2018
Ikibazo ca leta co mu mwaka wi 9 ngo kizokorwa kuva igenekerezo rya 5 kugera igenekerezo rya 7 Ruheshi uno mwaka. Ivyo bikaba vyashikirijwe na Léopold HAVYARIMANA,  umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’indero. Kubwa Léopold HAVYARIMANA, abanyeshure bazokora ico kibazo ngo bangana 99 025. Ibibazo bazokora ngo n’ibibazo bizoba bijanye na ibiharuro, igifaransa, ikirundi, icongereza, igiswahili n’ibindi bibazo bijanye n’inyigisho zishingiye ku buhinga. Léopold HAVYARIMANA  amenyasha kandi ko ico kibazo kizokorerwa ahantu hatari hake hashika 1015. Léopold HAVYARIMANA agasaba rero abantu bariko barategura ico kibazo ko bogitegurana umutima, bagakurikiza neza inyigisho zatanzwe bakanakurikiza amategeko yaho bagiye gukorera ngo kuko uwutazoyakurikiza arazi ibizoba bimurindiriye, ubutungane burashobora kumukorerako Kuba nyeshuri nabo, Léopold HAVYARIMANA  abasaba kugumiza umutima mu nda no kubandanya bitegura bakurikije ivyo babigishije.
#Burundi: Ubuyobozi Bwa Kaminuza Yitiriwe Ikiyaga Tanganyika Bwafashe Ingingo Yo Gufuta Umwaka w’Ishure wi 2016-2017 Mu Mwaka Wa 2 Mu Gisata c’Ubutunzi.
Ubuyobozi bwa kaminuza yitiriwe ikiyaga Tanganyika bwafashe ingingo yo gufuta umwaka w’ishure wi 2016-2017  kuba nyeshure 46 harimwo babiri birukanywe burundu  bo mu mwaka wa 2 mu gisata c’ubutunzi ivyo bita  »Sciences de Gestion et d’Economie Appliquée ». umuyobozi w’iryo shure Evariste NGAYIMPENDA yabivuze mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatano avuga ko bagirizwa ubusuma bwo guhindura amanota bari baronse inyuma yo gusibiramwo ibibazo . Abo banyeshure bakaba badafise uburenganzira bwo kwiyandikisha umwaka uza. Uyo muyobozi akaba ahakana ko mu matohoza yakozwe ata bakozi biyo kaminuza bagirwa nubwo busuma. Clément NDINDURUVUGO na Reverien NIHABOSEakaba aribo banyeshure birukanywe burundu.
Ingingo Yo Kurihisha Amafaranga Ibihumbi Mirongo Itanu (50.000) Abanyeshure Bashasha Bo Muri Kaminuza y’u Burundi Mu kigo Ca Kiriri Ngo Ni Ntabanduka
copyright@ agence bujumbura news Ingingo yo kurihisha amafaranga ibihumbi mirongo itanu (50.000) abanyeshure bashasha bo muri kaminuza y’uburundi mu kigo ca kiriri ngo ni ntabanduka, ivyo bishikirizwa na Anatole NZINAHORA umuyobozi ajejwe ibigo vya kaminuza inyuma yaho bamwe muri abo banyeshure bafatiye ingingo yo gutaha kuko babuze ayo bariha mu gihe batararonswa ingurane bemerewe. ANATOLE NZINAHORA akemeza ko adashobora kugaburira no kugumiza abanyeshure mu bigo vya kaminuza ku buntu. Ngo mu bisanzwe abanyeshure baza kwiga mu mwaka wa mbere ntibashikira mu buraro ngo baja mu buraro bageze mu myaka iri mbere. Anatole NZINAHORA amenyesha yuko hari abanyeshure badashobora kwiga bataba mu buraro nk’abiga muri IEPS n’abiga ivya TIC bijanye n’ubuhunga bwa none. Abo mu bisanzwe biga baba muburaro mugabo ubu vyarahindutse bazohabwa ingurane (pre-bourse). Ngo uko bimeze n’uko kaminuza  idashobora gucumbikira umunyeshure itazi ko azoronka iyo ngurane kuko barashobora kutakaronka bose canke ntibagasabe bose. Ngo ayo mafaranga afasha kaminuza kugira ishobore kubacumbikira no kubagaburira kugira ngo igihe batakaronse ivyo bafunguye bibe birishwe.

#Burundi: Uwurongoye Umuryango waba Islam Asaba Abenegihugu Kubumbatira Amahoro.
Uwurongoye umuryango w’aba Islam COMIBU ahamagarira abanyagihugu bose  kubumbatira amahoro hamwe n’abahurikiye mw’idini rya ba Islam kubandanya n’inyifato ibereye yahora ibaranga mu mafungo bahoramwo. Sheikh SAIDI Abdallah yabishikirije kuri uyu wa kabiri inyuma y’amasengesho yo guhimbaza uwo musi mukuru waba Islam Eid  El Fitr, umusi mukuru usozera amafungo y’ukwezi kwa Ramazani. Uwo arongoye COMIBU amenyesha yuko ukuntu aba Islam baje bashajije  ko ari ikimenyetso cuko basozereye ukwezi kwa mafungo ukwezi kweranda kwa Ramazani.  Ngo Uku kwezi kwa Ramazani rero kukaba inkingi ya kane mu nkingi zitanu zigize idini rya Islam. Sheikh SAIDI Abdallah yamenyesheje kandi  yuko uku kwezi kwa Ramazani ari ukwezi kweranda kugira umuntu yisonzeshe gutyo rero yaba umutunzi yaba umworo bangane. Ngo kwisonzesha ntibisigura ko umu Islam aba yipfunze kurya no kunywa gusa ahubwo yifunga kumenyereza umubiri wiwe canke umutima wiwe kudakora ibicumuro. Sheikh SAIDI Abdallah yamenyeshe kandi yuko bisonzesheje Kugira igihugu gitunge, kironke amahoro. SAIDI Abdallah yarangije asaba aba Islam n’abarundi bose ko bogerageza kumenya yuko atari abategetsi bazozanira abarundi amahoro. Ngo amahoro azova mu banyagihugu. Umuntu wese niyabungabunga amahoro amatora yo mu mwaka uza w’2020 azogenda neza.
Mu Ntumbero Yo Guhimbaza Umusi Mukuru w’Intama , Aba Islamu Bagera Kuri 60 Nibo Bashoboye Kuja i Mecque Mu kibanza Ceranda c’Idini ya Islam Kwifadikanya n’Abandi Ba Islam Kugira Bahimbarize Hamwe Uyo Musi Mukuru.
Aba islamu bagera kuri 60 nibo bashoboye kuja i Mecque mu kibanza ceranda c’idini ya Islam kwifadikanya n’abandi ba islam kugira bahimbarize hamwe umusi mukuru w’intama. Ivyo bikaba vyashikirijwe na Kassim JAFFAR umuvugizi w’umuryango waba islamu mu Burundi COMIBU hari kuri uno wa 2 aho aba islamu bari mu Burundi bifadikanije n’abandi ba islamu bo kw’isi mu guhimbaza i laidi nkuru. Aho twashoboye gushika ku kibuga ca COMIBU kiri muri zone Nyakabiga mu gisagara ca Bujumbura aho aba islamu batari bake bagizwe n’abagabo, abakenyezi n’abakiri bato bahuriye mu gisabisho co guhimbaza umusi mukuru w’intama, bamwe mu ba islamu bitavye ico gisabisho batanga insiguro y’uwo musi bita uw’intama n’ingene bawuhimbaje. Umwe mu ba islamu twavugishije yatubwiye yuko uyo musi mukuru wi laidi nkuru ni umusi mukuru wa ibraham aho yashatse gutanga umwana wiwe Imana igaca  imwereka intama  kandi ngo uwo musi n’umusi uhimbaye wo kuraba abagenzi batishoboye, abagwayi, n’abandi bantu bafise ingorane zitandukanye. Kubw’umuvugizi w’muryango w’aba islamu mu Burundi ngo uwo musi ni umusi mukuru w’aba islamu ngo mugabo n’abatari aba islamu urabaraba. Kassim JAFFAR amenyesha yuko inyigisho ya mbere bashimikirako kuri uyo musi ni ugushikana isezerano no kugendera ijambo umuntu natabe indyandya. Ico umuntu yemeye gukora agikore anafasha abandi. Ngo uno musi w’intama rero n’umusi wo gufashanya, n’umusi wo gusangira umunezero. Kassim JAFFAR yarangije ashimira leta yashoboye kuronsa aba islamu ibiro vya hidja biri kw’izina ry’u Burundi kubera aba mbere bagenda bisunze ibindi bihugu bagaca mu Buganda canke muri Tanzania ariko ubu haraciye imyaka 2 abararundi baja guhiji i maka biciye ku biro vya hidja biri mu gihugu, impapuro zose bazironderera mu Burundi.
#Burundi: Abarongoye Intwaro Mu Gisagara Ca Bujumbura Bahamagarirwa Korohereza Abarongoye Imigambwe.
Nkuko vyamenyeshejwe n’umukuru w’igisagara ca
Bujumbura Freddy MBONIMPA, abajejwe intwaro mu gisagara basabwa korohereza
abarongoye imigambwe mubikorwa vyabo kandi bongere bicishe bugufi. Freddy Mbonimpa akaba yateye ako kamo mu nama
yakoranye irimwo abajejwe intwaro hamwe n’imigambwe itandukanye  mugisagara ca Bujumbura, hari kuri uyu wa
gatatu igenekerezo rya 21 Myandagaro umwaka w’2019. Umushingamateka Freddy Mbonimpa yaboneyeho akaryo ko
gusaba  abarongoye imigambwe baraho hamwe
n’abarongoye intwaro kwirinda imvugo ziteranya hamwe no kubesha. Freddy Mbonimpa ati  » twipfuza yuko ijambo umuntu
avuze ku murango ari naryo yoguma agendera no mw’ijoro ». Ivyo akaba
yabivuze ngo kuko harabantu kumurango baganira neza ariko hamara kuba mw’ijoro
bakagira ururimi go guteranya no kubesha. Kuvyerekeye inzo mvugo nyene ziryoshe kumurango
zihinduka zikaba izo guteranya mw’ijoro, n’uwurongoye igipolisi mu gisagara ca
Bujumbura yarazigarutseko. OPC1 NINGANZA Léonidas, aho yaciye ahamagarira
urwaruka ruri mu migambwe itandukanye guheba iyo ngeso mbi, gongere ruze
rurubaha ingingo ziba zafashwe n’abajejwe intwaro. Bamwe mu bitavye iyo nama bakaba basavye yuko urwaruka
rutoza rurivanga mu biraba ingingo zija zirafatwa n’intwaro kandi ko imvugo
ziryoshe zoja zirajana n’ibikorwa. Twobamenyesha kw’iyo nama ari imwe muyandi ma nama
agiye kuzobandanya atunganywa kugira ngo amatora ategekanijwe mu mwaka w’2020
aze agere imigambwe ibanye neza.
Umukuru w’igihugu c’Uburundi,asaba imvukira z’intara ya Cibitoke kudahemuka,kuko atawahemukiye igihugu yigeze agara amahoro
Buramatari w’intara ya Cibitoke aha inyobozo umukuru w’Igihugu Modifier Munama  yokuzirikana nogukundisha igihugu abenegihugu, Umukuru W’igihugu C’UBURUNDI nyakubahwa PETERO NKURUNZIZA yagiranye n’imvukira z’intara ya cibitoke hamwe n’abasanzwe barangura imirimo itandukanye muriyo ntara kw’igenekerezo rya 14 Rusama unomwaka kukibuga c’umupira w’amaguru kiri muri komine Buganda,yabibukije ibihe bihambaye igihugu c’Uburundi caciyemwo muri kahise,aho yabahaye uburorero bw’abantu bamwe bamwe bahemukiye igihugu cabo ,batigeze baronka amahoro.Agatanga uturorero kuri KIRIMA na MACONCO bahemukiye Umwami munyuma ntivyaberera,hatibagiwe abashatse gutembagaza ubutegetsi muri 2015 ingorane barimwo ubu.PETERO NKURUNZIZA akaba yasavye izomvukira,gufatira akarorero kurabo bahemukiye igihugu ingorane bagize,gutyo bohe kudasubira kugwa muriyo mitego,ariko biteho ibikorwa vyiterambere be nukubandanya babumbatiye amahoro. Nyakwubahwa Umukuru w’Igihugu c’Uburundi,akaba kandi yaranakeje imvukira ziyo ntara kubikorwa vy’Iterambere zirangurira iyo ntara ya CIBITOKE, ngo kuko ataragaseseshwa rumuri iyontara irikumurindi w’iterambere.abagwiza tunga,Umukuru w’Igihugu akaba yabasavye kwubaka ibibanza vyiza vy’iratiro kuburyo ingenzi zizoshobora guhurumbira iyo ntara,narirya ihana imbibe n’ibindi bihugu. Inyuma yiyo nama,imvukira ziyo ntara ya CIBITOKE,zaciye zigabira Umukuru w’Igihugu c’Uburundi agashimwe k’Inka 3,hamwe n’Ivyimbugwa bitandukanye nkagashimwe kokumushimira kubutwari n’ubwira bimuranga,mukurongora Abarundi.
#Burundi: Integuro y’Itegeko Rigenga Amatora Yaraye Yemejwe n’Inama Nshingamateka.
Ku muhingamo wo kuri uyu wa gatatu, Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yasiguye ko iyo nteguro iri mu ntumbero yo gukurikiza ibwirizwa nshingiro ryo mu mwaka wa 2018. Ngo iyo nteguro y’itegeko isubiramwo itegeko rigenga amatora igizwe n’ingingo 253. Kub’wumushikiranganji Pascal BARANDAGIYE, iyo nteguro y’itegeko yasabwe n’abanyamigambwe hamwe n’umugwi CNI utegura amatora. Amafaranga y’ingwati kubitoza mu matora y’umukuru w’igihugu yavuye ku miriyoni 15 aja ku miriyoni 30 ibitandukanye n’ivyari muri iyo nteguro y’iryo tegeko imbere yuko ishika mu Nama Nshikiranganji kuko yategekanya imiriyoni 50 mu kugabanya abagomba kwiyerekana gusa mu matora nkuko bisigurwa n umushikiranganji Pascal BARNANDAGIYE. Ugutangura amatora y’umukuru w’igihugu vyari muri iyo nteguro ntibihurizwako n’abatowe n’abanyagihugu. Bashikiriza ko yofatanywa n’ay’abashingamateka hamwe n’ay’abahanuzi ba ma komine. Kuri ico kibazo umushikiranganji BARANDAGIYE ati gufatanya amatora ntaco bitwaye ahubwo bituma hagabanuka uburyo bukoreshwa. Kubijanye abashingamateka bavuga ko amafaranga y’ingwati kubitoza mu matora y’umukuru w’igihugu yoba ari menshi, umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE avuga ko ata muntu afise igihagararo co kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu yoyabura. Iyo nteguro y’itegeko yemezwa n’abashingamateka 105, 3 bararihakana ku bashingamateka 108 batoye.
#Burundi: Gitega, Ihimbazwa ry’Imyaka 28 Abarundi Biyemereje Amasezerano y’Ubumwe.
Kuri uyu wa kabiri niho hahimbazwa mu gihugu cose imyaka 28 abarundi biyemereje amasezerano y’ubumwe bw’abarundi. Ibirori nyamukuru bikaba vyabereye kuri stade Ingoma, iri ku mugwa mukuru w’intara ya Gitega, akaba ari umugwa mukuru wa politique. Ivyo birori bikaba vyatewe iteka n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA hamwe n’abashikiranganji ba leta y’uburundi na bamwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi. Mw’ijambo umukuru w’igihugu yaraye ashikirije abarundi, Petero NKURUNZIZA avugako imyaka 28 irangiye hateweko umukono ku masezerano y’ubumwe bw’abarundi ngo ni akaryo ko kwibuka ababungabunze ubwo bumwe bw’abarundi. Muri iryo jambo akaba yanashimiye, kw’izina ry’abarundi bose basokuru baryumyeko bakabana nk’abavukanyi, bagakingira kandi bakabungabunga igihugu ciza turimwo.
#Burundi: Gitega Umugwa Mukuru wa Poritike.
Leta y’u Burubundi yemeje kuri uyu wa gatanu integuro y’itegeko ishinga intara ya Gitega nko umugwa mukuru wa Politique nayo Bujumbura ukaba umugwa mukuru w’ubutunzi. Nkuko vyemezwa na Jean Claude KAREGWA NDENZAKO umuvugizi w’umukuru w’igihugu ku rubuga rwiwe  rwa twitter ngo inama nshikiranganji kuva ubu zizobera mu ntara ya Gitega ngo kandi abashikiranganji batanu bari muri leta bazoduganwa gukorera aho i Gitega kuva mu ntango z’uno mwaka ugiye gutangura wa 2019.
#SouthSudan: DENG ALOR Yasubiye i Juba Guhura na KIIR
Deng Alor, umwe mubayobozi bakuru b’umuhari utavuga rumwe na Leta ya Sudani yo mu Bumanuko witwa SPLM, yashitse i Juba kur’uyu muhingamo mu rugendo rutegekanijwe kumuhuza na Perezida Kiir hamwe n’abandi bayobozi bo mur’iyo Leta ya Sudani Yepfo. Uwo mugwi SPLM umuhuriyemwo abatavuga rumwe na Leta ya Sudani Yepfo bari mu buhungiro baheruka kwemeza ugushaka kwabo kwo gushira mu ngiro biganiro vy’amahoro vyabo na Leta ya Kiir. Igihe yashika ku kibuga c’indege i Juba, ari mu kuvugana n’abamenyeshamakuru, Alor yamenyeshejo yuko agarutse i Juba mu mwiteguro yo gutangura gushira mu ngiro amasezerano y’amahoro mu gihugu. « Naje kugira nitabe inama yo gutegura komite y’igihe c’infatakibanza. Ndi umwe mubagize iyo Komine, ubwo rero tuzovugana ivyerekeye n’integuro yo gushira mu ngiro Amazerano y’Amahora, » niko yavuze Deng Alor. Uyo muhobozi atavuga rumwe na Leta ya Kiir yavuze kandi ko abayobozi ba Leta ya Sudani Yepfo biteguriye gushira akahise inyuma kandi ko bamaze guhitamwo gushira imbere umugambi w’amahoro. Deng yamenyesheje kandi ko umuyobozi wiwe mukuru, Pagan Amum, yamaze guhitamwo kuja mu mugambi w’Amahoro w’ayo Masezerano bagiye gushira mu ngiro. « Twarahuriye i Nairobi, muri Kenya, nkabari muri SPLM-FDs. Twarashize igikumu ku Masezerano y’Amahoro kandi Pagan yarikumwe natwe, » nikwo Alor yamenyesheje. « Abanyagihugu bose barakeneye amahoro, niyo mpamvu imigambwe yose ushizemwo na SPLM-FDs yemeje ayo amasezerano y’amahoro, » niko Alor yabandanije avuga. Uwo muyobozi wa SPLM-FDs yari yitezwe guhura na Perezida Kiir. Mwomenya yuko Uru arirwo rugendo rwiwe rwambere i Juba kuva aho Deng Alor aviriye mu gihugu ciwe ca Sudani Yepfo mu ntango nzuyo mwaka ahunze.   (Inkuru n’amasanamu n’ivya: Radio Tamazuj. Juba, 10/10/2018.)
#Burundi: Irekurwa ry’Abanyororo Rivuye ku Kigongwe c’Umukuru w’Igihugu Ngo Rifasha Kugabanya Ubwinshi bw’Abanyororo.
Irekurwa ry’abanyororo rivuye ku kigongwe c’umukuru w’igihugu ngo rifasha kugabanya ubwinshi bw’abanyororo mu busho. Ivyo bishikirizwa n’umushingwamanza Salvator MINANI icegera c’umukuru w’ishirahamwe AJEBU Ndenderingingo hari kuri uyu wa kabiri mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Salvator MINANI akavuga ko iyo ngingo yo nyene idakwiye kuko ubusho bwinshi mu Burundi buguma bufise ibitigiri birenze y’ivyo bwateregezwa kuba bufise. Ngo nko muri prison central ya Mpimba bafise gushika uno musi abanyororo barenga incuro zitano abo bategrezwa kwakira. Ivyo bigatuma ubuzima bw’abanyororo bugenda nabi haba muvyo gufungura, muvyo kuryama n’ibindi. Salvator MINANI avuga ko ivyo bituma kandi n’abajejwe gutunganya iryo bohero bitaborohereza kuko igitigiri nk’ico gica kibagora rwose. Ngo ivyo bituma kandi  abantu bunguruzwa bava mu busho baja mu bundi kugira barabe ko boronka ahari ibitigiri bito, ivyo navyo bigaca bituma baja kure y’ababo. Ngo kugira ivyo bitigiri bigabanuke, Salvator MINANI asaba rero ko ama sentare atoshira imbere gufungwa kuko hariho ibindi bihano bishobora gucibwa umuntu yakoze icaha. Ngo hariho ibikorwa bishobora kugirira akamaro abantu muri rusangi. Ngo mu gitabo mpanavyaha c’u Burundi ubu birarekuwe ko iyo umucamanza abona neza ko igihano aza gucira uyo muntu kitarenza imyaka ibiri ko atamucira ugufungwa, ivyo vyotuma abantu bagabanuka mu busho.
Ibikorwa vy’Iterambere Rusangi Ngo Nivyo Bigiye Guhanishwa Abantu Bazoba Baciriwe Umunyororo w’Imyaka Ibiri Canke Iri Musi.
ccopyright@Human Rights Watch Ibikorwa vy’iterambere rusangi ngo nivyo bigiye guhanishwa abantu bazoba baciriwe umunyororo w’imyaka ibiri canke iri musi. Ivyo bikaba vyashikirijwe kuri uyu wa mbere n’umushikiranganji  w’ubutungane Laurentine KANYANA aho yari mu ntara ya Gitega gutanguza uwo mugambi. Ngo uwo mugambi uzorangurwa n’ubwo bushikiranganji bufadikanijwe n’ishirahamwe ‘’BERA INTAHE ‘’ barikumwe n’inzego zose z’ubutungane hamwe n’abajejwe  intwaro n’umutekano. Nkuko uwo mushikiranganji yabishikirije ngo uyo mugambi urafise akamaro kanini ku gihugu kuko bizotuma uwakoze icaha adafunggwa akagumana ukwidegemvya, ikindi naco ngo bituma abafungwa bataba benshi leta nayo ikaronka agahengwe muvyo ibafashisha. Laurentine KANYANA yamenyesheje kandi ko uwo mugambi uzotuma n’imibereho y’abantu itera imbere na rirya abo badafunwze bazoheza bagafasha mu bikorwa bitandukanye vy’iterambere rusangi nko kwubaka amashure, gutera ibiti ku mitumba, kwimba imikobeko, bagafasha kwubaka amabarabara kandi bakabikora ku buntu mu kiringo kingana n’imyaka baciriwe. Laurentine KANYANA  yarangije asaba abashikiriza manza kubanza kwihweza neza uburemere bw’icaha cakozwe imbere yo gusaba ivyo bihano hanyuma abacamanza kuraba neza ko bibereye ko hotangwa ivyo bihano. Abajejwe intwaro nabo  bokwerekana ibikorwa abo bantu bofashamwo. Co kimwe n’amashirahamwe ajejwe ivy’agateka ka zina muntu ngo yofasha mu kwegeranya abo bantu. Abajejwe umutekano nabo ngo bocungera aho abo bantu bazoba bariko barakorera kugira ntihagire uwuja kubihora ngo ntibahanywe.
KABURA Léopold Hamwe na Grégoire NKESHIMANA Bagiye Kuza Barasasa Muri Sentare Ijejwe Kwubahiriza Ibwirizwanshingiro
Copyright@RTNB en ligne Kuri uyu wa gatatu,niho  abacamanza babiri mu bagize Sentare ijejwe kwubahiriza Ibwirizwanshingiro ariko batamaho barahira imbere y’umukuru w’igihugu. Mukurahira bakaba biyemeje kwubahiriza ubumwe bw’abarundi n’Ibwirizwanshingiro ataho begamiye. Hisunzwe itegeko ry’Umukuru w’igihugu nomero 100/035, ryo ku wa 29 Ntwarante 2018, KABURA Léopold hamwe na Grégoire NKESHIMANA bagiye kuza barasasa muri Sentare ijejwe kwubahiriza Ibwirizwanshingiro. Abo babiri barahiye imbere y’Umukuru w’igihugu kuri uyu wa gatatu bakaba biyemeje kwubahiriza ubumwe bw’abarundi n’ibwirizwanshingiro, ko bazorangurana ubwira imirimo yabo ataho begamiye no m’ubwigenge, hamwe no kugumya ibanga ry’akazi, kandi ko bazogendera ubuntu. Tubamenyeshe yuko abo bashasha bagize Sentare ijejwe kwubahiriza ibirizwanshingiro  biyongereye ku bandi batanu bamaho. Tubamenyeshe yuko kandi ivyo birori vyabereye mu biro vy’Umukuru w’igihugu aho abo bacamanza bahejeje kurahira baciye baja kuramutsa Umukuru w’igihugu mu nyuma bagatera igikumu mu gitabo imbere y’abagize Sentare nkuru ijejwe kwubahiriza Ibwirizwanshingiro.

# Burundi#Umutekano# Igipolisi c’u Burundi Cerekanye Abasuma 3 Baheruka kwiba umupfasoni w Umurundikazi.
Igipolisi c’uburundi cerekanye kuri uyu wa kabiri abantu batatu bivugwa ko ari abasuma bafashwe mu ntango z’ukwezi kwa gatandatu bahejeje kwiba umukenyezi yaragiye kurema isoko mu gihugu ca Tanzania. Icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano MOISE NKURUNZIZA avuga ko bafashwe mu mishamirano yabaye hagati y’uwo murwi n’abajejwe umutekano aho hapfuye batatu muri bo. Moise NKURUNZIZA akavuga ko hari kw’igenekererzo rya mbere za kuno kwezi kwa gatandatu umwaka w’2019 mu bucacucagu aho umugwi w’abantu umunani bari bitwaje inkoho imwe yo mu bwoko bwa Kalashnikov n’imipanga bategera umudame NDUHIRUBUSA Mélanie aho yaragiye mw’isoko mu gihugu kibanyi ca Tanzania baramwambura ivyo yarafise vyose bongera bamutwara n’amahera yari afise ibihumbi 206 vy’amashilingi yico gihugu ca Tanzania. Ngo uyo muntu yaranyarutse gutabaza abajejwe umutekano mbere baca barakorana hamwe n’igihugu kibanyi ca Tanzania. Baragerageje kurasa n’abajejwe umutekano aho muri abo hapfuyemwo batatu. Moise NKURUNZIZA yamenyesheje yuko muri uyu mwanya nyene haciye hafatwa abandi batatu bo muri uwo mugwi. Akaba ari abo berekanywe. Moise NKURUNZIZA yamenyesheje kandi yuko hariho uwundi agira indwi yafatiwe mu gihugu ca Tanzania kibanyi barindiriye yuko ashikirizwa i gihugu c’u Burundi. Ngo rero muri uyo mugwi hasigaye umuntu umwe niwe atarafatwa. Moise NKURUNZIZA yarangije agabisha abantu bose bibaza ko bashobora gutora ikirwanisho ku mvo iyariyo yose kugira ngo bahungabane umutekano w’abene gihugu, ko inzego z’umutekano ziri maso kandi ko gushika ubu imigwi nkiyo ari kuyituza burundu kugira ngo abarundi n’abarundikazi eka n’abanyamahanga baba mu Burundi baronke amahoro n’umutekano.
#Burundi: Amafaranga Angana N’Ibihumbi Mirongo Ibiri Vy’Ama Dolari Y’Abany’America Niyo Yibwe Umuhindi Akorera Ishirihamwe Millenium Infosys.
Amafaranga angana n’ibihumbi mirongo ibiri vy’ama dolari yabany’america niyo yibwe ku musi wa gatandatu hari kw’igenekerezo rya gatandatu ukwezi ka kane. Bivugwa na Pierre NKURIKIYE umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hari kuri uno wa mbere aho yabishikiriza. Pierre NKURIKIYE avuga ko ayo mafaranga yibwe umuhindi akorera ishirihamwe millenium infosys. Abayivye akaba ari  abakozi babiri bamukorera muhira iwe. Pierre NKURIKIYE akamenyesha yuko ubwo busuma bwabereye mu gisagara ca Bujumbura muri zone Rohero muri quartier Asiatique. Bukaba bwakozwe n’abarundi babiri bakorera muhira iwe. Hari uwitwa Thierry NTAHOKAGIYE n’uwitwa Jepes UKURISHAKA. Pierre NKURIKIYE akavuga yuko ayo mafaranga yari afise umuhindi yitwa RAJESH akaba yagomba kuyabika muri banque hanyuma niho yaca agira akagorane kajanye n’amagara aca abanza kuyasiga mu cumba mu kabati yirukanga kwanza kuja kwa muganga. Niho baca bamurereka baca barugurura barinjira baratwara ayo mafaranga. Pierre NKURIKIYE kavuga ko batwaye amafaranga angana n’ibihumbi mirongi ibiri vy’ama dollars hamwe n’umurioni umwe wa m’amarundi. Ngo ivyo bihejeje kuba abibwe baciye batabaza igi polisi. Uwo musi nyene ku mugoroba, umwe yari yamaze gufatirwa i Bugarama ariko yerekeza intara ya Gitega, uwundi nawe yagiye gufatwa mu nyuma i Gitega nyene. Igice gito c’amafaranga baravuze aho bayashize ariko hariho ayandi bari bamaze kuyaguramwo ibintu nk’amazu i Gitega.  Ayasigaye nayo i gipolisi kitaramenya neza igitigiri ngo bavuze ahari n’uwuyafise i Gitega.
#Burundi: Ubushikiranganji Bw’Umutekano Buramenyesha Ko Bugiye Guhangana n’Abantu Bakora Urudandazwa Rw’Abantu.
Ubushikiranganji bw’umutekano buramenyesha ko bugiye guhangana n’abantu bakora urudandazwa rw’abantu mu ntumbero yo gutuza iyo ngeso igayitse mu gihugu c’u Burundi. Pierre NKURIKIYE avugira ubwo bushikarnaganji akaba yabishikirije kuri uyu wa gatatu mu kiganiro n’abamenyesha makuru inyuma yaho hamenyekanye yuko hari ivuriro rikorana n’abakora urudandazwa rw’abantu mu gisagara ca Bujumbura. Pierre Nkurikiye akamenyesha yuko itariki umunani z’ukwezi kwa kane i gipolisi caronse amakuru yuko hari ivuriro mu gisagara ca Bujumbura ryoba rikorana na bamwe bandadaza abantu bakabatwara mu bihugu vy’abarabu mu gihugu ca Arabia Saoudite. Pierre NKURIKIYE avuga yuko amatohoza amaze gukorwa basanze ivyo bintu ariko biri. Ngo niho i gipolisi caca kigenda aho iryo vuriro riri muri zone ya rohero ya mbere musi ya kaminuza y’u Burundi kihafatira abantu babiri ba bagore bagomba kuja kudandazwa, kiraheza kibafatana mbere nivyo bari bafise harimwo  na za mpapuro zo kwa muganga abantu bafashe ingendo baba bafise bita »Carte Jaune » hamwe n’impapuro zabo z’inzira zikiri zishasha. Pierre NKURIKIYE avuga ko i gipolisi caciye kibandanya gusaka kuri iryo vuriro gica kirahafata n’inzindi mpapuro zinzira zigizwe n’impapuro 27 z’inzira zishasha kandi z’ukuri  hamwe n’impapuro 30 zo kwa muganga abagomba gufata ingendo zo mu bindi bihugu barondera. Pierre NKURIKIYE akamenyesha yuko muri izo mpapuro, zibiri nizo zari iz’ukuri izindi 28 zari za magendo. I gipolisi cahafatiye kandi n’imachine nyabwonko iryo vuriro rikoresha mu gukorera ivyo bintu abo bantu. Pierre NKURIKIYE akamenyesha kandi yuko inyuma y’amatohoza igipolisi cahavuye gifata uwutwara iryo vuriro, umu nya Kenya afise amamuko yo mu gihugu ca Somalia, kiranafata n’abakozi biwe babiri bapima amaraso, aba laborantins mu gifaransa. Ngo babajijwe, nyene ivuriro avuga ko abo bantu baca iwe akabapima mugabo akavuga yuko aba ariko arakora kugira ahembwe n’irindi shirahamwe rikora urwo rudandanza rw’abantu risanzwe rikora ivyo nyene mugabo mu bihugu vyinshi harimwo igihugu ca Kenya c’ubuganda ca Ghana ca Tanzanie n’igihugu ca soudani. Mukurangiza Pierre NKURIKIYE amenyesha yuko abo bafashwe baciye bashikirizwa ubutungane, agasaba  abajejwe umutekano  ko bakomeza barondere abandi baba bakorana kugira ngo amashirahamwe nk’ayo aranduranwe n’imizi mu Burundi.
#Burundi: Bujumbura, Abanyamahanga Babiri Barafashwe Ku Kibuga C’Indege Ca Bujumbura, Bafise Ibiro Bitatu vy’Ikiyayura Mutwe Co Mu Bwoko Bwa Héroïne.
Ibiro bitatu vy’ikiyayura mutwe co mu bwoko bwa héroïne nivyo yafatanywe abanyamahanga babiri bo mu bihugu vya Brésil na Lettonie bizanywe mu Burundi kw’igenekerezo rya 20 z’uku kwezi kwa gatatu ku kibuga c’indege ca Bujumbura. Umuvugizi wo mu bushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE akamenyesha yuko ivyo biyayura mutwe bita heroine vyafashwe, bifise agaciro ka mafaranga y’amanyaburaya ashika ku bihumbi 360. Ngo vyafashwe n’abajejwe umutekano w’u Burundi, bakaba babifatanye umunyamahanga yitwa Gilberto FABIO ava mu gihugu ca Brésil  muri America y’ubumanuko. Uwo rero akaba yari abivanye mu gihugu ca Brésil abizanye aha mu Burundi kugira ngo yakirwe n’abarundi basanzwe bakorana. Pierre NKURIKIYE akaba amaneyesha yuko abo barundi babiri nabo nyene bafashwe. Hari uwitwa Juma NAHIMANA hamwe n’uwitwa Rajabu NDAYISENGA. Ngo abo barundi babiri bafashwe bakaba baba mu gisagara ca Bujumbura bakaba bavuga yuko akazi kabo ka misi yose ari ako kudandaza. Pierre NKURIKIYE akamenyesha kandi yuko inyuma y’umusi umwe ivyo bibaye ni ukuvuga igenekerezo rya 21 ukwezi kwa gatatu haciye hafatwa uwundi mu nyamahanga ava mu gihugu ca Lettonie nawe yari yafashe indege imuvanye mu bugiriki aje mu Burundi akaba ari we yari afise igikorwa co guca yakira iyo imari abo bandi bari bazanye akaba nawe yaca ayijana ahandi hantu ngo yari kubwirwa n’abandi bakorana. Tubamenyeshe yuko abo bantu bari bazanye igi carton kinini kirimwo igikoresho bakoresha mu gusukura mu nzu gishasha bakavuga yuko bo ari ba mukira rugendo baje mu Burundi mugabo bakaba bitwaje ico kintu nk’akaganuke bazaniye umurundi w’umugenzi wabo. Mu gi carton cari gitekeyemwo ico kintu niho bagiye baratabura baza barabashiramwo ivyo biyarura mutwe bagaca bahoma.
#Burundi: Ubugenduzi Bukuru Bw’Igipolisi Burabujije Abapolisi Kuja Mu Bu Nywero Bafise Ibikoresho Vy’Akazi Canke Bambaye Impuzu Zibaranga.
Mw’ikete ryarungikiwe aba comissaires bakuru  bose, abarongoye ibiro vy’igipolisi hamwe naba commissaire batwara uburere, umugenduzi w’igipolisi abuza abo ba polisi kandi ko boja mu karuhuko bitwaje ivyo bikoresho vy’akazi. Muri urwo rwandiko ubutumwa burimwo bwitiriwe ″Ingingo ngenderwako zijanye n’umutekano″, ubugenduzi bukuru bw’igipolisi bwafashe ingingo zitandukanye. Muri izo ngingo harimwo ko ama grenade yose ategerezwa kubikwa mu bubiko bw’ibirwanisho. Urwo rwandiko kandi ruvugako ibirwanisho bizofatwa mu bikorwa vyo gusaka bizoza bishikanwa mu gisata kijejwe ububiko bwavyo. Ngo aba polisi bazoja mu bunywero bafise ibirwanisho canke bambaye impuzu z’akazi ngo bazohanwa vy’akarorero. Urwo rwandiko nyene ruvuga ko kizira kikaziririzwa kwihanira ku bantu bagirizwa uburozi nayo inyamiramabi zigasabwa gukora amatohoza yimbitse aho gufatira kuvyo bene abo bantu baba biyemereye. Urwo rwandiko kandi rubuza abapolisi gufata amasanamu no kuyarungika ku mbuga ngurukanabumenyi iyo bari mubikorwa bimwe bimwe. Ngo uwuzobikora akazofatirwa ibihano vyakazi bita ″ mesures disciplinaires″. Urwo rwandiko ruheraheza rusaba aba comissaires batwara uburere gufata ingingo zihuta iyo habaye ibikorwa bihohotera agateka kazina muntu mu burere batwara.
#Burundi: Kayanza, Umuriro Wariyadukije Mu Biro Vya Lumitel Kayanza Mw’ijoro Ryo Kuri Uyu Wa Kabiri.
Umuriro waradutse mu nzu y’ibiro vy’ishirahamwe Lumitel mu ntara ya Kayanza ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri hafi isaha imwe y’ijoro. Inkuru ziva mu kayanza zivuga ko ata gikoresho na kimwe casigaye muri ivyo biro vya Lumitel. Ngo umuriro wagiye kuzima imodoka yagenewe ico gikorwa ivuye mu ntara ya Ngozi ishitse hafi inyuma y’isaha uwo mucanywa wadutse. Commissaire arongoye igipolisi mu ntara ya Kayanza avuga ko bagitororokanya ivyononekaye. Tubamenyeshe yuko abakozi babiri b’ishirahamwe Lumitel yo mu Kayanza akaba aribo bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza y’icatumye uwo muriro waduka.
#Burundi: Igipolisi Kijejwe Uruja n’Uruza Rwo Mw’Ibarabara Kiragabisha Abatwara Imiduga  k’Umuvuduko Munini.
Mu kiganiro n’abunguruza abantu n’ibintu bahurikiye mu mashirahamwe atandukanye kuri uyu wa kane, Roger BANKIBIRWIRA arongoye PSR yamenyesheje yuko muri iki gihe turiko turarangiza umwaka abantu bakunda kugira umuvuduko urenze kugira banyarutse bagire ama turu menshi yo gutwara abantu n’ibintu kugira bunguke menshi. Roger aragabisha ko ico kintu bazogihana kuko baramaze kubona ko gitwara ibintu, abantu bagakomereka abandi bakitaba Imana. Ngo nico kimwe n’abantu bapakira bakarenza kuri iyo mvo nyene. N’abantu barihisha amahera arenze ayashinzwe kw’itichet cane cane abaduga, canke abava ruguru baza i Bujumbura.  Roger BANKIBIRWIRA amenyesha yuko   abo bantu  bazobahanwa ata kinya kuko ku neza y’abenegihugu, ku neza y’umutekano nta bintu vyo guca iruhande. Ikindi yashikirije ni uko  kizira kikaziririzwa ko umuntu aja kuri volant anyonge icuma yaborewe. Roger BANKIBIRWIRA yarangije atera akamo abajejwe intwaro kugira bafashe kuraba ko abenegihugu bubahirijwe. Akanasaba yuko bene kugiramwo muri ivyo vyuma ko nabo nyene bategerezwa kwihagararako bakanka ko uburenganzira bwabo buhonyangwa.
#Burundi: I Bujumbura, Isekeza Ry’imisi 60 Ryo Kurwanya Inzoga Zitemewe n’Amategeko.
ku muhingamo wo kuri uyu wa 5 mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura, mw’isekeza ry’imisi 60 ryo kurwanya inzoga zitemewe, igitoro ca magendo, abigana imikono co kimwe n’abakenyezi badanza umubiri, umuboyobozi  bw’igisagara ca Bujumbura bwarafashe ama ritiro 700 y’inzoga atemewe n’amategeko. Umukuru w’igisagra ca Bujumbura, Freddy NIMBONA  avuga ko  iryo sekeza rigamije gutsimbataza  amahoro mu gisagara ca Bujumbura. Freddy MBONIMPA avuga kandi ko mu gihe batangura ico gikorwa bumvikanye yuko mu ngingo zimwe zimwe zigiye gufatwa no gukurikizwa harimwo inzoga zitemewe n’amategeko, hari abanywa rumogi, abarudandaza, eka n’ibindi. Mu gutanguza  ico bise imisi mirongo itandatu yo  kugwanya inzoga zitemewe n’amategeko kugira twinjire mu mwaka w’ibihumbi 2019 igisagara gitunganije neza mu bijanye amagara y’abantu, imibano, n’umutekano, kuri uyu wa gatano, Freddy amenyesha yuko baciye mu Carama, mu Kamenge, mu Kinama. Mu kamenge bahasanze bwa buzu abantu bashurashuriramwo, ngo banahafatiye abatari bake. Ikindi amenyesha nuko mu Carama bahafatiye ba bandi bigana impapuro kuko basanze bakora impapuro zimwe zitangwa n’intwaro, ibidodo, impuro za gaciro zose.Muri zone ya Buyenzi hafashwe bimwe mu bikoresho vy’abadandaza igitoro ca magendo. Freddy NIMBONA agasaba abajejwe intwaro kubandanya ico gikorwa kuko mu misi 60 bazoheza barabe aho bakigejeje. Umukuru w’igisagara ca Bujumbura akagabisha abajejwe intwaro bakorana nabo bantu mu kinyegero ko nibafatwa bazohanwa mbere bagakurwa no mu mabanga bafise. Tubamenyeshe yuko ubwo buyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bwatanze umuco ku ngingo buheruka gufata mu bijanye n’imiduga itagikora yuzuye mu mabarabara. Freddy MBONIMPA  avuga ko ngo mu ngingo bafashe harimwo iyo gukura mu ma barabara ibiduga bitagikora. Ngo hari abantu bahebera imiduga itagikora mu ma barabara ugasanga hinyegejemwo abagizi ba nabi, canke ugasanga  haba amasanganya. Ivyo rero ngo bikaba vyibonekeza cane cane  muri zone ya Buyenzi. Ngo ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bwaratanze i kiringo kitarenze ukwezi kumwe. Freddy MBONIMPA akavuga ko batabujeje abakora imiduga kubandanya akazi kabo ariko ngo iyo ngingo yerekeye ibiduga bitagikora vyokurwa mu ma barabara yiyo zone mu kurindira ko babaronkera ikibanza bakoreramwo.Ngo abatozokurikiza iyo ngingo bazobaca ihadabu
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibihuha ni vyinshi ku bagwaye ingwara ya coronavirus m’Uburundi
Kumbuga ngurukana bumenyi hariko haraca amakuru avuga ko m’Uburundi abagwayi bane boba bitavye Imana mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Bikavugwa kandi ko n’umukuru w’Inama nshingamateka nawene ari ku musego biturutse kur’iyo ngwara ya coronavirus yugarije isi yose.  Ayandi makuru nayo akavuga ko umupfasoni w’umukuru w’igihugu nawene yajanywe mu gihugu ca Kenya kwivuza iyo ngwara ibuza umuntu guhema harimwo n’ubushuhe. Abantu nabo bakaguma barungika ubutumwa ku mbuga ngurukana bumenyi bavuga imiti itandukanye yoshobora kuvura no gukinga iyo ngwara ya coronavirus. Ayo makuru rero akaba atarabeshuzwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu benshi bagiriza kutitaba kukamo baba batewe n’abagwayi bibonyeko ibimenyesto vya coronavirus. Inumero za telephone zatanzwe nyinshi zikaba zititaba. Ubwo bushikirangani bw’amagara y’abantu bukaba butaratanga inkuru zikwiye kurabo bagwayi bavugwa hamwe no kuriyo miti abantu bifashisha kugira bivure ingwara ya coronavirus.
Abapolisi ba Leta zunze ubumwe bw’Amerika barasaba imbabazi abenegihugu
Uko gusaba imbabazi kw’ibonekeje kur’uyu wa gatandatu aho abapolisi bo muri Let aya Miami bafukama imbere y’abanyagihugu bariko baragira imyiyerekano biyamiriza urupfu rwababaje abantu benshi kw’isi rw’umwirabure w’umunyamerika azwi kw’izina rya George Floyd yaba muri Leta ya Minneapolis.
Uwu mwirabure akaba yahagaritswe haraciye imisi itanu n’umupolisi w’umuzungu w’umunyamerika yitwa Derek Chauvin aca amufukama kw’izosi. Uwo mwirabura kubera yaraboshe amaboko aryamye hasi ntiyashoboye kwikurayo ariko yaguma akoma induru ati biranse ko mpema. Abariko barabibona baragerageje kubuza uwo muzungu w’umupolisi ariko vyabaye impfagusa kuko bagenzi b’uwo mupolisi b’abazungu babapolisi baranse kw’abantu batabara. Abo bariko barabibona baciye bafata amasanamu baca bayakwiza isi yose. Uyo mupolisi w’umuzungu akaba yavuye kur’uyo mw’irabure amaze guta ubwenge akaba yagiye gupfira mu modoka ya ruseha abaniha yari ije kumutwara kwa muganga. Ibisagara vyinshi vya Leta zunze ubumwe bwa Amerika bikaba biri mu myiyerekano vyiyamiriza ubwo bwicanyi bw’uyo mupolisi. Uyo mupolisi yabanje gukurwa mu kazi hamwe na bagenzi be ariko abanyagihugu bavuze ko ivyo bidakwiye akwiye guhagarikwa agacibwa urubanza, ivyaciye bikorwa ubwo nyene. Ishavu ry’amanyamerika babirabure n’abazungu rikaba ritarahera nubu imyiyerekano ikaba ibandanya naho hari ikiza c’ingwara corona virus kibangamiye ico gihugu kimaze kwica abanyamerika barenga 100.000.
CENI ivuga ko ivyo yashize ahabona vyari ‘brouillon’, ivy’ukuri bitaraja ahabona
Umugwi ujejwe gutegura amatora mu gihugu c’Uburundi ariwo CENI wamenyesheje mu ndwi turangije ko mu vyo washize ahabona mu vyavuye mu matora ku wa 25 Rusama 2020 vyari ‘ivyimfatakibanza’ canke ‘brouillon’ mu gifaransa. Inyuma y’uko umukuru wa CENI avuze ko batangaje ivyari ‘brouillon’ ku wa 25 Rusama 2020, Pierre Claver Kazihise yaciye yihutira gufuta ivyo yari yashize ku rubuga rwa Internet rwa CENI. Pierre Claver Kazihise yasiguye ko mu vyashizwe ahabona bitari bikwiye cane ku buryo yaciye abifuta.  Kazihise yaciye amenyshe ko vuba hagiye gusohoka ibitigiri vyizewe kurusha ‘ bizoba kumbure ari vyiza kandi vy’ukuri’. Gushika iyi saha rero,ntiharamenyekana uwatsinze amatora nk’uko CENI ibivuga kubera hatarasohoka ibitigiri nyavyo vyavuye mu matora. Mwomenya ko umugambwe CNL urongowe na Rwasa Agathon nawo wamaze kwitwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro avuga ko habaye ubusuma mu matora yo kuwa 20 Rusama 2020. Mu gihe muri Sentare vyokwanka, Rwasa Agathon avuga ko azoca yitura Sentare ya EAC kugira imutunganirize.
Abaserukira ibihugu vyabo m’Uburundi basaba abanyepolitique  gushira imbere umwumvikano
Mw’itangazo ibihugu birenga 17 bifise ubuserukizi m’Uburundi vyarasohoye itangazo kur’uyu wagatatu inyuma yaho umurwi CENI utangarije ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu, abashingamateka n’abajenama ba komine yabaye itariki 20 rusama 2020. Ivyo bihugu bikavuga ko vyakiriye ibivuye mu matora uko vyagenze. Ivyo bihugu bikavuga ko vyashimishijwe nuko abarundi isinzi bitabiriye ayo matora.  Ivyo bihugu harimwo n’ivyarutura n’amashirahamwe mpuzamakungu barasaba abanyepolitike ko boshira imbere umwumvikano bitabaye uko bakitura inzego zibishinzwe. Mur’iryo tangazo ivyo bihugu birasaba abanyepolitique gukurikiza impanuro z’Ubumwe bw’Afrika n’ishirahamwe ONU mu kwirinda gutera umudugararo mu gihugu mugishira imbere imibonano y’umwumvikano. Mukurangiza ivyo bihugu n’amashirahamwe mpuzamakungu biremeza ko bizoguma bishigikira uburundi mu migambi y’iterambere yashizwe imbere n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Pierre Claver Kazihise avuga ko nibasanga ivyegeranyo bidasa bashobora kwitwara
Ivyo yabivugiye kw’iradiyo y’igihugu RTNB iri m’urunani rw’ibimenyeshamakuru bikwirikirana amatora kur’uyu wagatandatu. Pierre Claver Kazihise, umukuru w’umurwi ujejwe gutunganya amatora, avuga ko hariko harakorwa ibishoboka kugira ivyavuye mu matora bive ku rwego rw’intara CEPI kugira ruje ku rwego rw’igihugu CENI. Ivyo ngo bishobora kuba kur’uyu wagatandatu kuburyo kumusi w’Imana umurwi CENI ushobora kuvuga aho uzotanga ibiharuro mfata kibanza. Ku kibazo naho ko ibiharuro vyo mu gisagara ca Bujumbura vyatevye kuboneka, Pierre Claver Kazihise, avuga ko ivyo bivana nuko amakomine agize igisagara ca Bujumbura ari manini kandi agizwe n’utuzu tw’amatora twinshi. Ku kibazo naho ko ivyegeranyo vyatanzwe ku mbuga ngurukana bumenyi bidasa nibiriko biratangwa na CENI, Pierre Claver Kazihise, avuga ko abarorerezi bose batahanye ivyegeranyo vy’amajwi ko nibasanga bidahuye bazoca bitura sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwashingiro kugira ibatunganirize.
Ingene Agathon Rwasa ariko aravyifatamwo inyuma y’amatora
Uworongoye umurwi ujejwe gutegura amatora CENI m’Uburundi, Pierre Claver Kazihise, yarahaye uruhusha ku bi menyeshamakuru vyari vyagiye hamwe kugira bimenyeshe ingene amatora ariko aragenda. Urwo ruhusha rukaba rwatanzwe kur’uyu wakane isaha zo kumugoroba. Niho rero ivyo bimenyeshamakuru vyatangura kuvuga ibiharuro vyatanzwe n’abajejwe gutunganya amatora mu ma komine bita CECI.  Umugambwe CNDD-FDD ukaguma uza imbere cane mu biharuro vyose vyariko biratangwa hagakurikira umugambwe CNL hamwe hamwe hagakurikira imigambwe UPRONA canke FRODEBU. Ivyo biharuro bamwe bakavuga ko bisa n’ivya’amatora yo mu 2015 kandi bidahuye n’ivyegeranyo vyariko birashirwa kumbuga ngurukana bumenyi. Umukuru w’umugambwe CNL, umushingamateka Agathon Rwasa, akaba yaravugiye kw’iradiyo y’abanyamerika VOA, yameneysheje ko ibiharuro biriko biratangwa bidahuye nivyo afise, ko arindiriye ko umurwi CENI umunyesha ibiharuro vy’imfatakibanza kugira nawe yerekane ibiharuho afise. Ngo mugihe naho azosanga yaribwe amajwi ngo azoca yitura inzego z’ubutungane. Ivyo bikaba bisa nuko umushingamateka Agathon Rwasa yanse kuvuga ko ariwe yatowe ko ariwe ari umukuru w’igihugu nkuko bihora bishika henshi muri Afrika canke ngo ahamagarire abanywanyi biwe kuja mw’ibarabara mu myiyerekano. Ivyo bigatuma igihugu kiguma gitekanye ariko imyidogo ni myinshi mubanywanyi b’umugambwe CNL, abo muyindi migambwe bakaba ataco barabivugako.
Ingaruka mbi zo guteba gutanga ivyavuye mu matora
Mugihe amatora y’umukuru w’igihugu, y’abashingamateka n’ayabahanuzi ba komine yaraye abaye kur’uyu wagatatu m’Uburundi bwose, ivyayavuyemwo biracarindiranwe igishika cinshi n’abarundi. Umukuru w’umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI, Pierre Claver Kazihise, akaba yahamagariye kur’uyu wakane abarundi kurindirana umutima munda ibizova mu matora bishobora gushikirizwa itariki 26 Rusama 2020 nkuko biboneka kurunde rw’ingene amatora azoza aragenda.  Ibihuha rero bikaba ari mvyinshi ku mbuga ngurukana bumenyi, bamwe ngo umugambwe CNL watsinze amatora abandi ngo umugambwe CNDD-FDD wastinze amatora. Ivyo biruko mu gihe abamenyeshamakuru babujijwe kuvuga ibiharuro vyavuye mu matora, boba ni kuraba ko amatora ariko agenda neza mu mutekano nuko abarorerezi bahari. Ivyo biruko mu gihe mu bindi bihugu biteye imbere mur’iryo joro nyene ry’amatora baca bavuga ibiharuro n’uwatsinze ayo matora naho igihugu coba cagutse gute kinafise abanyagihugu benshi. Benshi bakibaza ko ivyo bishobora gutuma ibiharuro bihinduka kumvo zitandukanye, abatora barasaba ko ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru ko bwotezwa imbere mu murwi ujejwe gutegura amatora CENI.
Ingingo zanyuma za Pierre Claver Kazihise, arongoye umugwi ujejwe gutegura amatora
Mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kur’uyu wambere, umukuru w’umurwi ujejwe gutegura amatora m’Uburundi, CENI, Pierre Claver Kazihise, yaratangaje ko atamuntu azotwara za telephone agiye gutora canke ngo afoto imbere mu kazu k’amatora azoba ejo aho bukera k’umusi wa gatatu itariki 20 rusama mu gihugu cose.  Pierre Claver Kazihise yaramenyesheje kandi ko abatozoba baratoye ya carata yo gutora bariyandikishije bashobora gutora kur’uyu wa gatatu bitwaje karangamuntu. Yaramenyesheje ko hari imirwi y’abantu bashobora gutorera aho bageze abo ni nk’abacungera amatora, abamenyeshamakuru, abashoferi b’abakuru hamwe n’abajejwe umutekano. Vyose bikaba bihagaze kur’uyu murwi CENI ku musi wejo aho uzokwerekana ko atakanenge kabaye mur’ayo matora. Ariko imyidogo ni myinshi kubariko barahiganwa aho bavuga ko abarongoye utuzu tw’amatora bagizwe n’abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD gusa kandi amategeko asaba ko bose boshingwa ayo mabanga. Ikindi bafise ko amakenga n’itangwa ry’urupapuro bita PV ruzokwerakana uwuzoba yatsinze ku kazu kose k’amatora. Mubona umukuru wa CENI, Pierre Claver Kazihise, azovyifatamwo neza ?
Anicet Niyonkuru yibaza ko General Maj.Evariste Ndayishimiye atowe ubwicanyi n’ubukene bizohagarara
Ivyo yabivugiye mw’itangazo yasohoye umusi asozera imyiyamamazo y’amatora y’umukuru w’igihugu afatanye n’ayabashingamateka n’abahanuzi ba komine kur’uyu w’Imana. Anicet Niyonkuru arongoye umugambwe CDP avuga ko General Major Evariste Ndayishimiye ariwe azi abagize inzego z’umutekano bose kuburyo ashobora gutanga amategeko yo guhagarika ubwicanyi aho usanga umuntu yabuze irengero canke agatorwa ikiziga kandi hariho inzego z’ubutungane.  Anicet Niyonkuru akavuga ko ivyo bari barayaze na Evariste Ndayishimiye, umukandida w’umugambwe CNDD-FDD uri k’ubutegetsi, mu gihe yagira ave m’ubuhungiro ko yabikwirikije ko gushika ubu atawuramukomakoma ngo nuko ari mu mugambwe CDP akanuwurongora. Kikaba arinaco catumye uwo mugambwe CDP usaba abanywanyi bawo gutora uwo mu kandida wa CNDD-FDD. Anicet Niyonkuru ukibaza ko uwo mukandida wa CNDD-FDD ashobora guteza imbere igihugu abantu bakaronka ubuzi bakaja kukivi amabarara agasubirwamwo ayandi akubakwa hamwe n’umutekano ukiyongera. Anicet Niyonkuru akavuga ko amaze imisi aduga hagati mu ntara zo mu Burundi bwije cane agashika amahoro. Uwo mukuru w’Umugambwe CDP arasaba ko amatora y’itariki 20 atoba intandaro y’umudurumbanyo mu gihugu hama abantu basubira guhugunga igihugu cabo. Mwe Mwibaza ko General Major Evariste Ndayishimiye azoshika kur’iyo ntumbero ?
Abantu 15 nibo batowe ikiza ca coronavirus m’Uburundi
Ivyo vyavuye mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu kur’uyu w’Imana. Abagwayi m’Uburundi bico kiza bakaba bageze ku gitigiri ca 42 bagwaye. Ico kiza kikaba kimaze guhitana abantu bashika 300.000 kw’isi mu mezi atanu gusa.  Abagwayi 9 nibo basanze bakize umugera wa coronavirus atawe bagifise mu mubiri wabo. Ariko hari abavuga ko hari abagwayi bataremenyekana igitigiri boba bashizwe ukwabonyene mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Ico kiza rero benshi bakaba batinya ko congerekana kuko mu gihugu cose hariko harabera imyiyamamazo itegura amatora azoba itariko 20 rusama nukuvuga kur’uyu wa gatatu. Mwomenya ko mu Rwanda abagwayi bageze kuri 292, Kenya kuri 887, Tanzaniya 509, Uganda 227, Afrique Yepfo 236. Bimwe mur’ivyo bihugu bakaba bategetse abanyagihugu kuguma mu mazu ahandi bakaba bashimye kureka abanyagihugu kuguma baja ku mirimo yabo aho twovuga nko muri Tanzaniya n’Uburundi. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu wo mu Burundi akaba yamenyesheje ko Uburundi butimirije kubwira abarundi kuguma mu mazu yabo.

Denise Nkurunziza yoba yajanwe muri Kenya kuvurwa Coronavirus
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba akandi yiteguriye gusohoka ku butegetsi, ariwe Denise Bucumi Nkurunziza, yajanwe mu gihugu ca Kenya inyuma yo kwandura umugera wa Coronavirus. Ibinyamakuru vya Kenya biremeza iyo nkuru ko Denise Nkurunziza yuriye indege ejo ku musi wa kane mwibanga ntangere ajanwe ku bitaro vyigenga biri muri kenya avurwe COVID-19. Ikinyamakuru kimwe kinavuga mbere ko nabakaozi bakorera ku kibuga c’indege ca Bujumbura batemerewe kwegera ku nyandiko za Bucumi Denise zo kuja muri Kenya.  Bikavurwa kandi ko yagiye ajanye n’aba garde-corps biwe batatu umwe muribo akaba yaranduye nawe uyo mugera wa Covid-19. Naho ayo makuru yagizwe ibanga ntangere, biraboneka ko ibinyamakuru vyo muri Kenya vyovyo vyaciye bibona icajanye Denise Bucumi mu gihugu ca Kenya ko ari ukwivuze Coronavirus. Umushiikiranganji Thadee Ndikumana naho yahakanye ko yagiye muri Kenya kwivuza Coronavirus ku wa 21 Rusama 2020, ibinyamakuru vya Kenya vyemeza ko yagiyeyo kwivuza Covid-19. Sources: 1. https://metropoltv.co.ke/2020/05/29/burundis-ex-first-lady-airlifted-to-kenya-after-contracting-covid-19/ 2. https://sonkonews.com/burundi-first-lady-airlifted-kenya-covid-19/ 3.https://citizentv.co.ke/news/burundi-first-lady-evacuated-to-kenya-after-contracting-covid-19-334094/
Abasenyeri bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020
Umugwi w’abasenyeri bo mu Burundi, CECAB, bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020.  CECAB ikabona ko naho amatora muri rusangi yabaye mu mutekano, hatabuze ibigenda nabi. CECAB iravuga ko hatabaye ugufata kumwe abakandida bahiganirwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu. “Turababajwe cane n’utunenge twinshi twabaye mu matora ku bijanye n’ubwigenge, umuco mu matora hamwe nukunganisha abahiganwe bose mu kubafata kumwe bitabaye”, niko Joachin Ntahondereye arongoye CECAB yamenyesheje. Ibindi abo basenyeri bavuga bitagenze neza mu matora ni uguhata abahagarariye amatora gusinya ku nzandiko za nyuma zivyavuye mu matora(proces verbaux, ugutora mu kibanza c’abapfuye hamwe n’impunzi hamwe no kuja gutorera abandi incuro nyinshi.  Ibindi umugwi w’abaseneyri uvuga ko bitagenze neza ni kuba hari abatora batoye incuro irenga imwe hamwe no kwirukana abari bahagarariye amatora bo mu mugambwe CNL nabandi hamwe no kubatera ubwoba bikozwe n’abategetsi batwara. Idini rya katolika mu Burundi rikaba ryari risanzwe rifitaniye umubano mubi na leta ya CNDD-FDD kuva mu matora yose yarenganye. Ubwo leta y’Uburundi iza kwishura gute kuri ibi birego vyashizwe ahabona na katolika?
#COVID-19: Umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye Coronavirus
Mu makuru ariko aca ku mbuga nguruakana bumenyi ataremezwa na leta y’Uburundi avuga ko umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye umugera wa Coronavirus. Mu makuru ashirwa ahabona n’ikinyamakuru SOS Media Burundi avuga ko umushikiramganji w’amagara y’Abantu, Thaddee Ndikumana, yoba yajanwe mu gihugu ca Kenya kugira avurwe mu buryo bwihuta kubera Coronavirus yoba yaranduye.  Aya makuru arahuye nayandi avugwa ko mu Burundi ubu hari abarwayi benshi ba Coronavirus naho leta y’Uburundi idashaka kubashira ahabona. Mu misi yahera harabaye iyirukanwa ry’abakozi bakorera Ishirahamwe ryitaho amagara y’Abantu mu Burundi,OMS, hakanavugwa ko hoba harabaye ukutabona kumwe kwa leta y’Uburundi ibijanye no kurwanya ikiza ca COVID-19 mu gihugu c’Uburundi. https://twitter.com/SOSMediasBDI/status/1265192155330547712?s=20 Abarundi baba mu gisagara ca Bujumbura na cane cane bobo barafise ubwoba cane kubera ico kiza bivugwa ko coba gikwiragiye mu bantu ariko kubera ibikoresho vyo gupima bidashika kuri bose ntibabimenye. Mu Burundi gushika ubu hamaze kwandura abantu COVID-19 bashika ku 42 mu barenga amajana atanu bamaze gupimwa mu gisagara ca Bujumbura gusa. Ariko rero , nta numwe mu Barundi baba mu gihugu hagati arigera apimwa umugera wa Coronavirus na cane abarundi baba ku mupaka uhana imbibe n’ibindi bihugu vyanduye cane nka Tanzania hamwe n’Uburundi.

Umurwi wa ONU ujejwe gutohoza k’Uburundi uriyamiriza kutihanganirana mu myiyamamazo
Mw’itangazo wasohoye kur’uyu wakane igenekerezo rya 14 rusama 2020, umurwi wa ONU ujejwe gutohoza k’Uburundi uvuga ko imyiyamamazo iriko iraba m’Uburundi irimwo kutihanganirana, gutubahiriza agateka ka zina muntu no gukomeretsanya. Uwo murwi ukavuga cane cane ko iyo mishamirano iba hagati y’imIgambwe CNDD-FDD na CNL isa n’iyikomeye k’urubuga rwa politike.  Uwo murwi ukavuga ko wateye akamo Leta y’Uburundi ko iyo mishamirano ishobora gutuma haba uruhagarara mu gihugu. Uwo murwi ukavuga kandi ko atakwidegemvya bikwiye vyo muri démocratie bihari bigatuma haba umutekano muke mu gihugu. Uwo murwi warashize ahabona kandi ukutigenga k’umurwi ujejwe gutegura amatora barabiye kutunenge twabaye mugutanga ikarata y’itora no kudasohora urutonde ntabanduka rw’abazotora. Uwo murwi ukabona kandi ko ubutungane butigenga ko bukoreshwa na cane cane ukutizera Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro arinayo izokwakira ibirego vyashobora kuvuga ko amatora yibwe. Uwo murwi uhamagarira amasentare yo m’Uburundi nayo hanze no mukarere gukurikirana ibiriko biraba no guca imanza ataho begamiye kubazoba basheshe amaraso y’abenegihugu. Uwo murwi ukavuga ko ubabajwe n’iyirukanwa ry’abaserukira ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu OMS m’Uburundi muriki gihe c’imyiyamamazo n’ikiza ca coronavirus gisaba abantu kutegerana cane kugira ntibanduzanya.
Umugwizatunga Kirahwata yaragandaguwe kur’uyu wa kane
Amazina yiwe y’ukuri akaba yitwa Jackson Simbananiye, akaba yari umuvunjayi akomeye cane mu gisagara ca Bujumbura imbere yuko ahagarikwa mu bikorwa vyiwe vyo kuvunja amahera ava hanze y’Uburundi cokomwe n’abavunjayi bose bakorera k’ubutaka bw’Uburundi. Agikora ako kazi ko kuvunja, bose niwe babaza ku musi ku musi imbere yo kumvunja amahera mvamakungu.  Kur’uyu wa gatatu ku mugugoroba niho amakuru yatangura gutembera kumbuga ngurukana bumenyi avuga ko uyo muvunjayi atwawe ku nguvu agenda arakoma induru muri zone Rohera n’imodoka yo mu bwoko bwa TI mbere n’akarato kamwe yari yambaye kasigaye aho hantu bamuteruriye. Ababibonye nibo basigaye baramutabariza hirya no hino ariko ntaco vyamaze kuko mu gitondo co kur’uyu wa kane baciye bamutora ikiziga muri zone Nyakabiga, Avenue de l’Imprimerie, aryamye mumufurege. Abantu benshi bakaguma bibaza icatumye uyo mugwizatunga agandagurwa vyihuse uko. Bamwe bakavuga ko yoba yariko arashigikira abatavuga rumwe na leta muriki gihe c’amatora kugira arabe ko yosubira gukora. Ntihari haheze n’amazi atanu afunzwe yagirizwa kuvunja amahera avuye hanze hatisunzwe amategeko y’Ibanki Nkuru y’Igihugu. Akaba abaye umuvunjayi wakane agandaguwe kuva aho babahagarikiye gukora.
Imyaka itanu irarangiye hahatswe guhirikwa ubutegetsi
Hari kw’igenekerezo rya 13 rusama 2015 nk’isaha 7 z’umurango niho hasamirana ijwi rya general Godefroid Niyombara kw’iradiyo Bonesha Fm. Ico gihe imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu yarishushe ikaba yatanguye itariki 26 ndamukiza 2015. Abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bari mu myiyerekano bakaba baciye bihereza amabarabara bagana hagati murico gisagara na cane cane ahari iradiyo nkuru y’igihugu. Ico gihe Président Nkurunziza akaba yari yaraye yitavye inama y’abakuru b’ibihugu vy’akarere mu gihugu ca Tanzaniya, ingendo atasubiye gufata kuva ico gihe.  Abo bavuga ko bahiritse ubutegetsi bakaba baciye baja kw’iradiyo nkuru y’igihugu kugira bayifate bongere bayivugireko ariko vyarabataye kuwamazi kuko bahasanze abasirikare bagishigikiye intwaro ya Petero Nkurunziza, baciye baja kw’iradiyo RPA naho baravuga ko bahiritse ubutegetsi mugabo ubona ko hari ivyabagoye. Iyo radiyo ikaba yaciye isamburwa iraraswa ibisasu bikomeye cokimwe n’iradiyo Bonesha na Isanganiro mur’iryo joro nyene. Niho rero haba imigwano kw’iradiyo nkuru y’igihugu hagati y’abasirikare bashigikiye ubutegesti nabavuga ko babutembagaje, abo banyuma bahavuye babona ko bitagikunze baca barahunga. Niho Umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto, General Prime Niyongabo, yavugira kur’iyo radiyo nkuru y’igihugu ko abashatse gutembagaza ubutegetsi bateshejwe ahubwo ko bokwishikana. General Godefroid Niyombare akaba yarabuzwe irengero ariko abo barikumwe bakaba baciye bafatirwa ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika muri zone Kinindo.  Imyiyerekano yarimaze indwi zitatu ikaba yaciye irangira.
Umugambwe CNL niwo wagirizwa guhungabanya umubano mu migambwe
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano mu gihugu c’Uburundi, Pierre Nkurikiye, yamenyesheje ko umugambwe wa Agathon Rwasa ariwo ahanini uvyura indyane hagati y’Imbonerakure za CNDD-FDD n’Inyankamugayo za CNL. Ivyo bishitse inyuma yaho hariko haba ugutana mu mitwe hagati y’Imbonerakure za CNDD-FDD n’Inyamnkamugayo za CNL mu bice bitandukanye vy’igihugu muri iki gihe co kwiyamamaza.  Pierre Nkurikiye akavuga ko mbere n’umugambwe CNL uriko utegura ‘ukwiba amatora’, canke ‘fraude électorale’, ivyo aatasiguye mu buryo bwagutse. Nkurikiye kandi akamenyesha ko abanywanyi ba CNDD-FDD naho usanga batanye mu mitwe naba CNL usanga ‘babikora mu kwivuna’; ivyo aba CNL nabo bamirira kure bakavuga ko aba DD aribo babasomborotsa. Biraboneka cane ko leta y’Uburundi itariko yerekwa na gato ibikorwa vy’umugambwe mushasha yemereye gukora ku mugaragaro ariwo CNL.
Abandi bantu munani batoweko ikiza coronavirus m’Uburundi
Ivyo nivyavuye mw’itangazo ryasohowe kur’uyu wa kabiri Rusama 2020 n’ubushikiranganji bw’amagarara y’abantu. Ku bantu 136 bapimwe basanze 8 bagendana iyo ngwara. Bakaba biyongereye ku bagwayi 19 bari mu bitaro bariko baravugwa ariko bane muribo basanza batakigwaye uwo mugera bise covid-19. Bakaba baciye baronswa uruhusha rwo gutaha.  Ariko benshi bakaba batangazwa nuko bahamagara kuri za numero baronswa babonye uwufise ibimenyesto vya coronavirus zidakora, izo nazo zigatuma zamodoka ruseha abaniha zica ziza kubapima no kubashikana kubitaro. Ingwara ya grippe ikaba ari nyinshi i Bujumbura bigatuma abantu bibaza kwari coronavirus canke ari grippe isanzwe ariko iyubu ikaba ikaze cane irimwo umucanwa no guhema nabi no gucika inkokora, nkuko umunyagihugu umwe abitwiganira. Abaganga baragerageza gutanga imiti imwe bita antibiotiques igwanya bimwe bikomeye iyo ngwara ya coronavirus umuntu agize Imana agatora agahengwe mugihe aba yamaze gusinzikara akaguma aryamye mu gitanda.
Imyaka mirongitatu n’icenda irarangiye umwami wa Reggea yitavye Imana
Robert Nesta Marley bataziriye Bob Marley yavutse itariki 6 ruhuhuma 1945 mu gihugu ca Jamaique mu gisagara ca Rhoden Hall akaba yagiye kwitaba Imana itariki 11 rusama 1981 muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu gisagara ca Miami. Murico gihe akiri muzima yaracuraranze indirimbo nyinshi zo mu mudiho wa Reggea zaryoheye abantu benshi kw’isi.  Aho twovuga nk’indirimbo No Woman no cry, One Love, Simmer down, Bend douwn low, Catch a fire, Burnin, I shot the sheriff. Umurwi wamufasha kuririmba witwa The Waillers akaba yawutanguje muri 1963. Indirimbo ziringa 200 millions zikaba zaragurishijwe kw’isi yose. Bob Marley yatanguye kumenyekana igihe yasinya amasezerano n’ikigo c’umuziki Island Records. Mu mwaka w’i1976 yarahatswe kuraswa arikumwe n’abagenzi be mu gisagara ca Kingston, yarasubiye kuririmba murico gisagara ariko mu nyuma haheze umwaka yaciye ahungira i Londres kuko indirimbo ziwe zagwanya akarenganyo ntizaryohera bose bamwe bakabona ko zagumura abanyagihugu. Ni murico gihe baca bamutora ingwara ya cancer baramusaba ko bomuca ukuguru ariko aranka. Niho guca asohora indirimbo Exodus, Kaya, Babylon by bus, Survival n’ibiteramo vyinshi mu bihugu vyinshi. Ariko ingwara ya cancer yaciye imukwira umubiri wose acayitaba Imana itariki 11 mai 1981. Kur’iyo tariki abakunzi biwe bakaba bibuka uwo muririmvyi yacuraranga indirimbo zigwanya akarenganyo, ariko ubu uwo musi ukaba ushitse kw’isi hari ingwara ruhonyanganda coronavirus ibuza abantu gukoranira hamwe kugira bakore ibikoraniro vy’umuzika, ariko ivyo ntivyabujije abarastaman gusohora amaphotos ku mbuga zabo ngurukana bumenyi bibutsa uwo muririmvyi rurangiranwa.
Gukomeretsanya hagati y’abanywanyi b’imigambwe birabandanya
Imishamirano irabandanya kwaduka hagati y’abanywanyi b’umugambwe CNL urongowe na Agathon Rwasa hamwe n’abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD uri kubutegetsi. Aho twovuga nko muri komine Bubanza kur’uyu wa gatanu aho abantu babiri bakomeretse umwe nawe aritaba Imana.  Abanywanyi barenga 50 b’umugambwe CNL nabo barahagaristwe mur’iki kiringo co kwiyamamaza. Agathon Rwasa akavuga ko ubwo ari ubwoba umugambwe uri k’ubutegetsi ufise ko ushobora gutsindwa mumatora yimirije kw’itariki 20 Rusama 2020. Agathon Rwasa akavuga ko uwuzobasotora bazomwivuna. Ico naco ntibagihurizako n’igipolisi, umushikiranganji w’intwaro yo hagati hamwe n’umushikirizamanza mukuru aho bavuga ko gurtyozanya vyabaye vyinshi mur’iyo myiyamamazo ko hagiye gufatwa ingingo zo guhagarika uwo wese azorenga kumategeko y’amatora no kwiyamamaza.
‘Samuragwa’ vs Rwasa: Umwe ngo ‘gukuraho ubukene’ uwundi ngo gukuraho ‘abanyonyezi’
Abagabo babiri bose bava mu bwoko bw’abahutu bariko bahatanira guhiganirwa intebe y’umukuru w’igihugu aribo Evariste Ndayishimiye na Rwasa Agathon bariko bavugwako vyinshi. Duhereye kuri Ndayishimiye yiswe ‘Samuragwa’ wa ‘mukuruwe, Nkurunziza, Ndayishimiye avuga ko aje gushira imbere kurwanya ubukene gushika mu turere twose tw’Uburundi.  Ndayishimiye aremeza ko ‘mukuruwe’ Nkurunziza yashitse ku ntambwe ishimishije yo kugarukana amahoro n’umuketekano, maze nawe akavuga ko aje nk’umuhizi mw’iterammbere’ mu gihugu. Ariko rero, Agathon Rwasa wewe siko abona ibintu. Muri make wewe aravuga ko ivyo umugambwe CNDD-FDD utakoze mu myaka 15 iheze atizeye ko Ndayishimiye azobikora.  Rwasa Agathon agahamagarira Abarundi bose iyo bava bakagera gutora CNL maze habe ihinduka riboneka maze habe iterambere mu Burundi hama ivyo ‘kunyonyeza amatungo y’igihugu aja mu kagwi kamwe k’abantu’ bihagarare. Rwasa Agathon akamenyesha ko umugambi nyamukuru wiwe ari uwo ‘gukuraho abanyonyezi‘ b’igihugu nk’uko abanywanyi biwe nabo bavyemeza. None Abarundi bazohitamwo nde hagati y’umuhizi mw’iterambere’ hamwe n’uwuje gukuraho ‘abanyonyezi’?Naho Abarundi kubicira urubanza ku wa 20 Rusama 2020.

Imishamirano hagati y’Inyankamugayo’ za CNL be n’ Imbonerakure za CNDD-FDD
Umushikirizamanaza mukuru wa Republika, Sylvestre Nyandwi yamenyesheje ko ahagaritswe umutima n’imishamirano hagati y’inyankamugayo za CNL hamwe n’Imbonerakure za CNDD-FDD. Sylvestre Nyandwi aragaruka ku mishamirano yabaye mu ntara za Kirundo, Ngozi, Gitega na Bujumbura rural na Kayanza. Iyo mishamirano rimwe rimwe iratuma bamwe bahasiga ubuzima, baba aba CNL canke Imbonerakure za CNDD-FDD.  SylvestrevNyandwi akamenyesha ko abo bose birengagiza amategeko muri kino gihe c’imyiyamamazo azobihanirwa n’amategeko. Muri iyi misi, haribonekeza ukurabana ayingwe hagati y’inyankamugayo za CNL ya Rwasa hamwe n’Imbonerakure za ‘Samuragwa wa CNDD-FDD na cane baharira ku wuzohava atsinda amatora yo kuwa 20 Rusama 2020. #Burundi Selon Sylvestre Nyandwi, il s'observe des actes de violences à caractère politiques dans quelques localités du pays. "Les cas illustratifs sont ceux recensés dans les provinces #KIRUNDO, #NGOZI, @KayanzaProvince ,  @GITEGA et #BUJUMBURA" pic.twitter.com/y27NBhwady — EjoHeza News (@EjoHezaNews) May 5, 2020
Yoba ari ingingo yo kurondera amajwi ?
Umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa, yaraye arekuriye abungunguruza abantu ku ma moto, tuk tuk na taxi vélo kurengana ibiriraro vyinjira mu gisagara ca Bujumbura.Iyo nkuru ikaba yamenyeshejwe na Charles Ntirampeba, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ATRABU rihurikiriyemwo abo batwara ivyo vyuma.   Iyo ngingo yo kubuza abo batwara ivyo vyuma ikaba yari yafashwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura mu mwaka wa 2015 aho abo banyene ivyo vyuma bagirizwa guhungabanya umutekano hakoreshejwe za grenade. Ariko abo batwara ivyo vyuma bakaba basabwa kubahiriza amasaha y’akazi amasaha 18 kubatwara moto na taxi-velo hamwe n’amasaha 21 kubatwara tuk tuk. Kandi ntibemerewe kwinjira hagati mu gisagara, iyo ngingo ikaba yerekeye amazones yegereye igisagara ca Bujumbura, nkuko Charles Ntirampeba abivuga. Benshi rero bakabona ko iyo ngingo ijanye n’amatora yimirije m’Uburundi aho abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umugambwe CNDD-FDD bavuga ko nibabatora bazoca bugurura imihora kurabo banyagihugu bunguruza abantu bakoreshwe kenshi mu myiyamamazo.
Umuvugizi wa CNL amenyesha ko Agathon Rwasa azoca acungwa cane inyuma...
Ivyo nibimenyeshwa n’umuvugizi w’umugambwe CNL, Aime magera, aba mu mahanga kumvo z’umutekano. Aimé Magera amenyesha ko Agathon Rwasa, umukuru w’uwo mugambwe CNL usa n’uwufise abanywanyi benshi, itariki 20 rusama 2020 azoca acungwa cane kugira ntavuge ko amatora yibwe canke ngo abanywanyi biwe baze kumwicungira.  Murico gihe rero nkuko bivugwa na Aimé Magera, umukuru wa CENI, umurwi ujejwe gutunganya amatora, Pierre Claver Kazihise ngwazoca atangaza ivyavuye mu matora. Aimé Magera arasaba inzego z’umutekano kuguma ataho zegamiye, abanyagihugu n’abanywanyi b’umugambwe CNL kuguma barikanuye. Abakurikirana hafi amatora y’Uburundi barabandanya gusaba ko ayo matora yohera neza mu mahoro n’umutekano.
Igihugu ca Tanzaniya kigiye gutumako umuti wa coronavirus uva muri Madagascar
Ivyo bikaba vyavuzwe na John Pombe Magufuri, umukuru w’igihugu ca Tanzaniya kur’uyu wa mungu. Magufuri akaba yavuze ko azotuma mu Magadascar indege yo kuzana uwo muti. Igihugu kibanyi na Madagascar bita les Comores naco nyene camenyesheje ko gishaka uwo muti. Umukuru w’igihugu ca Madagascar, Andry Rajoelina, akaba yaraganiriye na mugenzi we wa Comores Azali Asoumani, uwo nawe akaba yamumenyesheje ko akeneye uyo muti. Igihugu ca Guinée-Bissau naco kikaba caguze amacupa angana 11 500 yuwo muti bise Covid-Organics. Ibihugu vya Congo Brazaville, Guinée Equatoriale navyo nyene bikaba vyaramenyesheje ko bikeneye uyo muti. Ibihugu 15 vyo muri Afrika y’uburengerazuba bikaba navyo bimaze gutumako uwo muti wakozwe n’abashakashatsi bo mu gihugu ca Madagascar. Mwomenya ko ko uyo muti ukozwe mu giterwa citwa Artemisia gihora gikoreshwa mukurwanya ingwara ya malaria. No m’Uburundi kikaba kimaze gukwiragwizaho mu kurwanya malaria. Ariko ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ivy’amagara y’abantu OMS rikaba ritemera uwo muti kuko ngo ntacemeza nakimwe cerekana ko uwo muti uvura ingwara ya coronavirus. Ariko abanyafrika bobo bakabifata nko kutemera imiti ivuye muri Afrika. Iyo ngwara ya coronavirus ikaba imaze guhitana abantu bababa ibihumbi 200 kw’isi mu kiringo camezi atatu gusa cane cane mu bihugu vya buraya na Amerika.
Ijambo ryanyuma rya Président Nkurunziza ku bakozi m’Uburundi
IJAMBO SEBARUNDI ASHIKIRIJE, RIJANYE N’UMUSI MUKURU W’ABAKOZI N’AKAZI
Barundi, Barundikazi,
Bakozi, namwe Bakoresha; 1. Imbere ya vyose, nimuze tubanze gushimira Imana Mushoboravyose, Umukoresha Mukuru kuri twese, dukesha ivyo twaranguye kandi tuzeyeko ivyo dutegekanya kurangura muri kazoza. Turashimira Imana yaduhaye amagara meza, Amahoro, Umutekano n’Impore, mu mpande zose z’Uburundi. 2. Igenekerezo rya mbere Rusama uko umwaka utashe, abakozi n’abakoresha, mu Burundi no mu bihugu vyinshi, barahimbaza umusi mpuzamakungu w’abakozi n’akazi. Icivugo c’uyu musi mukuru ku rwego rw’Igihugu kivuga ngo: “Twitabe amatora tudasize inyuma ibikorwa vy’iterambere ry’igihugu cacu n’ingo zacu”. Ni akaryo keza ko kwirimbura no kwigira inama, tutibagiye kwidagadura, kwishima no kwishimiriza twigina ivyo twaranguye. 3. Kw’izina rya Reta no kw’izina ryacu nyene, turipfurije abakozi bose umusi mukuru mwiza w’abakozi n’akazi, umusi mukuru w’akanyamuneza dukura mu kazi. Abakozi n’abakoresha tuje hamwe, twisuzume twongere dusuzume ivyo twaranguye, dukomeze ya ngendo nziza yo kuja inama n’ingingo. 4. Uyu musi mukuru uhuriranye n’ibihe bidasanzwe, kuko uhuriranye n’igihe co gusozera igikorwa Imana yadushinze co kurongora Uburundi. Murazi ko kuva Uburundi buhabuje Intahe yo kwikukira, bubaye ubwa mbere hahera imyaka 15 Uburundi buri mu mahoro n’umutekano kandi burongowe n’abo abenegihugu bitoreye. 5. Uyu musi mukuru ushitse kandi twinjiye mu gihe c’amatora, igihe co kwirimbura tukaraba ko ivyo twasezeraniye abenegihugu mu myaka itanu iheze twabiranguye, mbere tugatereza amaso inyuma tukaraba ico twamaze muri iyi myaka 15 iheze. 6. Ivyo twaranguye mu myaka cumi n’itanu iheze ni vyinshi cane. Tubikesha Imana, ariko tubishimira abantu bose twakoranye muri iyi myaka, baba abari mu nzego zitandukanye, abenegihugu twasangiye ibikorwa, tutibagiye n’abakunzi b’Uburundi hirya no hino kw’isi batubereye kirumara. Barundi, Barundikazi,
Bakozi namwe Bakoresha; 7. Umusi twashikira Amabanga yo kurongora Uburundi, Igihugu cari kimaze imyaka irenga cumi mu ntambara. Ubutunzi bw’igihugu bwari bugeze aho umwansi ashaka. Abarundi benshi bari mu mwiheburo, bari barushe kubera intambara no kwamana intekera ku mutwe, kandi ico gihe agatimatare ntikari bwahere mu Barundi bamwe bamwe, bigatuma imigambi itari mike twari tuzanye ibangira. 8. Imyaka cumi ya mbere twarongoye Uburundi, kwabaye ukumena umushike no gusimba imitego myinshi, yakomoka ku mwijima Uburundi bwabayemwo kuva ku muzo w’abakoroni gushika mu mwaka w’2005. 9. Iruhande y’imigambge n’amasendika bikorera inyungu z’abakoroni, imvugo, inyandiko n’inyifato z’amacakubiri vyari bicatse indaro mu Burundi. Ivyo bikunyurwa n’ibiturire, ugusesagura no kunyonyeza ubutunzi rusangi, ubujuju, ubunebwe n’izindi ngeso mbi atawodondagura ngo azimare. 10. Twamaze imyaka icumi, kuva 2005 gushika 2015 mu mageragezwa atagira uko angana. Intambamyi zikuruzikuru twahuye ni nk’izi:
Ingeso mbi zifatiye ku kwimenyera bamwe bamwe bose bari bakuye iyo bahora mu gihe c’intambara zatumye babandanya kurya ibiturire, kunyuruza itunga ry’igihugu, gukora urudandazwa rwo mu kinywabi no kurondera gutunga ivyo batabiriye akuya; Amacakubiri, ukwinubana no gukengerana;
Ugucanamwo kw’abonse rimwe mu mashirahamwe n’imigambge;
Hariho akagaye, agasuzuguro no kutubaha inzego ku bantu bamwe bamwe: mu bisagara bimwe bimwe twaja ku kivi abandi nabo biryamiye canke barorera; Abiyita “ABAHETSI B’UBURUNDI” baduhatiyeko Integuro n’Imigambi bidafatiye ku vyipfuzo vy’Abarundi;
Hari abatwemerera ubuki bategeka, abandi bakaduha imfashanyo z’uruhendo ; Abari mu masendika amw’amwe n’abanyeshure ba Kaminuza babaye ibikoresho vy’abakoroni, amayegereyegere akaba urutavanako;
Iterabwoba ryakorwa canecane hegereje amatora;
Imigambwe imw’imwe itashira aho intahe ishize;
Imwe muri iyo migambwe twavuze yahisemwo inzira y’intambara;
Amashirahamwe amw’amwe yavuga ngo ntaharanira ivyicaro vya poritike, ariko adasiba kwisuka mu vya poritike; Agatimatare ko kuvuguruza abenegihugu mu gutembagaza Inzego bitoreye. Barundi, Barundikazi,
Bakozi namwe Bakoresha;
11. Ingingo twafashe zo kwigisha abana mu mashure matomato ku buntu, no kworohereza abakenyezi n’abana bari musi y’imyaka itanu ngo bavugwe ku buntu, zararemuruye imiryango myinshi. 12. Ivyabaye mu mwaka w’2015 vyaduteje iyindi ntambwe mu kwiyumvira no mu gukora. Abarundi isinzi barakize uruhumyi barahabona, baraca ubwenge, ivyiyumviro vy’aba na bariya biriserura, impano z’abana b’Uburundi zirigaragaza, Uburundi buva mu muzimagiza bwari bumazemwo imyaka irenga ijana, bwinjira mu muco. 13. N’aho amakungu yari yadutangariye mu mwaka w’2012 aho twahimbaza Isabukuru y’Imyaka 50 duhabuje Intahe y’Ukwikukira; ivyo twaranguye muri iyi myaka itanu iheze biza ari agaheta. Irabire namwe: Tumaze kuzirikana ko tutaremewe gufashwa, ariko ko twaremewe gufashanya, twarakoze birashimwa, abaduteye akagere n’abaduhariye ivomo baratamarirwa, umwimbu urongerekana bidasanzwe mu bisata vyose bigize ubuzima bw’igihugu. Ikigo OBR gifashanije n’abajejwe Intwaro n’Abajejwe Umutekano carongerereje umwimbu uko umwaka utashe, bituma Reta yibako ku bice hafi 90% twahora kuri 45%. Hari abari biteze ko batadufashije tutazohemba abakozi, ariko siko vyagenze kuko, turetse ko twabandanije tubahemba, twaranabongeye agahimbazamusyi muri wa mugambi wo kugabanya ubusumbasumbane bw’Imishahara. Abagwizatunga b’Abarundi barashinze amahinguriro n’amashirahamwe y’ubudandaji yasahirije cane ubutunzi bw’Igihugu.
Twabandanije twubaka ibibuga vya Kijambere, amashure, amavuriro, ibitaro, Uburaro bw’ingenzi, Ibiro vy’Indongozi n’ibindi vyinshi. Ingoro y’Umukuru w’Igihugu twitiriye uwo dukesha Uburundi NTARE RUSHATSI Abarundi n’amakungu barayikugura. Twarashinze Amakoperative ku mitumba yose y’Uburundi tugirako turagurana umutumba wose Umutahe w’Imiriyoni cumi. Twaritunganirije Umugambi w’Igihugu ukomokako imigambi yose y’Iterambere mu myaka icumi guhera mu 2018 kugeza mu 2027. Amatora yo mu 2015, Ibwirizwa Shingiro ryo mu 2018, n’Amatora yo mu 2020 twamaze kwinjiramwo yose yatunganijwe hakoreshejwe uburyo bw’Abarundi ubwabo. 14. Kwitunganiriza amatora incuro zitatu tutarindiriye ak’imuhana, ni intambwe idasanzwe mu gusubiza Iteka Uburundi. Ni kandi ikimenyetso kigaragaza ko dushoboye. Ivyo biratanga icizere ko n’iyindi migambi yahora ikorwa duteze amashi tuzoyirangura n’uburyo bwacu. Turashimiye kandi turakeje abo bose batêrêra kugira Igihugu cacu kigire Iteka n’Iterambere.
15. Muri make, Abarundi twaramenye twongera turatahura iyo tuva n’iyo tuja, kuko icari caratuzingamitse kwari ukutamenya ko dushoboye, kwari kandi ukwambara ikirezi ntitumenye ko cera. Barundi, Barundikazi,
Bakozi namwe Bakoresha; 16. Icivugo c’uku kwezi kwa Rusama kivuga ngo “Twitabe amatora tudasize inyuma ibikorwa vy’iterambere ry’igihugu cacu n’ingo zacu”. Amatora ni inzira irashe yo gutsimbataza demokarasi n’amahoro mu gihugu. Yamara rero, Abarundi bamye batungwa n’umwimbu ukomoka mu bikorwa. Ntimusamazwe n’amatora rero ngo mudebukirwe, guma ku kivi. 17. Turizeye ko ubushomeri bugiye kugabanuka cane tubifashijwemwo n’Ibanki y’Urwaruka twaraye twuguruye, tutibagiye Ibanki y’Abarimyi n’Aborozi, hamwe n’Ibanki y’Abakenyezi zigiye gutangura ibikorwa mu mezi abiri ari imbere. 18. Ntihagire n’umwe azosubira kubura ingurane afise imigambi n’umwete wo gukora. Turasavye abanyamitahe ngo bagwize amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana, amabanki na yo agabanye inyungu asaba abaka ku ngurane, areke kubabegera ku bwabo no kuzibira iyo biva. Barundi, Barundikazi,
Bakozi namwe Bakoresha; 19. Uyu mwaka wabaye umwaka udasanzwe mu bijanye no kugwiza akazi. Abakozi bashasha baronkejwe akazi ni 2817 mu Bushikiranganji bw’indero, 201 mu Bushikiranganji bw’amagara y’abantu, hamwe n’421 basubiriye abapfuye canke bagiye gukora ahandi. Aha ntituvuze abaronkera ubuzi mu mashirahamwe y’abikorera utwabo no mu nzego z’Umutekano no kwivuna abansi. 20. Ikindi gihambaye cakozwe ni ugusubiramwo Igitabu c’amategeko agenga abakozi n’akazi kugira ngo ajane n’ibihe tugezemwo aha iwacu, mu muryango w’ibihugu vyo muri afirika y’ubuseruko, yongere yisunge amategeko afitiye akamaro igihugu cacu atorerwa mu nama ya rya Shirahamwe Mpuzamakungu rijejwe akazi OIT. 21. Mu ntumbero yo kworohereza abakozi n’imiryango yabo, turategekanya kunagura Ishirahamwe rijejwe kuvuza abakozi ba Reta. Turazirikana neza ko ikigega c’amasaka gikomoka mu kigega c’amagara. Mu kurindira iryo nagurwa, turasavye dushimitse abajejwe iryo shirahamwe gukora ibishoboka vyose kugira abanywanyi baryo baronke imiti ikwiye badatamye. Barundi, Barundikazi,
Bakozi, Bakoresha; 22. Nk’uko tudahengeshanya kubikora, twashaka gufata aka kanya ngo dutange impanuro. Ubwa mbere: Tumenye ko gukora neza akazi kujana no gukurikiza amategeko y’akazi. Amasendika y’abakozi n’abakoresha nibafashe rero kumenyekanisha amategeko y’akazi mu bakozi bose.
Ubwa kabiri: Gukunda akazi bijana no kumenya ico twiteze gukura mu kazi kizodufasha mu buzima bwacu mu gihe tugikora no mu gihe tuzoba tumaze gukukuruka, na kare ngo: “Agakoni k’imisi gacibwa kare, kakabikwa kure y’imŭngu”. Ubwa gatatu: Abakoresha nibahimirize abakozi babo gutegekaniriza kazoza mu mashirahamwe ya Reta ONPR na INSS no mu mashirahamwe y’abigenga kugira baze baronke ikibafasha cisununuye bamaze gukukuruka. Dusavye rero abakoresha gutunganya ibiganiro vy’akazi, abakozi bamenye ibiteza imbere akazi, n’ivyotuma bagira kazoza keza.
Ubwa kane: Kumenya no kuzirikana ko agateka ko kwitwa umukozi, icubahiro, iterambere n’akanyamuneza dufise mu miryango, bikomôka ku kazi turangura n’ingene tukarangura. Tuvavanure rero n’ingeso mbi yo kuvuga ngo: “Akazi k’i Bwami kica uwicaye“, tumenye ko:“Urima bike ukimburira mu gipfunsi”.
Ubwa gatanu: Nk’abakozi, nitwifatanye n’abandi benegihugu mu bikorwa vyo guteza imbere amakoperative ari ku mitumba n’amakaratiye yose yo mu gihugu, tubabere urumuri mw’iterambere.
Ubwa gatandatu: Twirinde gusesagura amatungo y’igihugu, kuko ubusuma n’ibiturire bitukisha ubwa mbere umukozi yabikoze, imbere yo gutukisha igisata c’akazi akoramwo no guhombesha igihugu cose.
Ubw’indwi: Tumenye ko ubunebwe ari bwo nkwezi y’amarere. Umunebwe atera amapfa umuryango, ikibano n’Igihugu.
Ubw’umunani: Urwaruka rukure amaboko mu mpuzu, rusabe impanuro abarukurira, rusabe ingurane mw’ibanki yarwo rukore, kuko “Mpa akabando nandare aruta mpa akate ndambarare”. Dusavye urwaruka gukorera imigambi hamwe, kuko:“Abadasezeranye ntibajana” kandi ngo: “uwugutanze gukaraba agutanga no kubega”.
Ubw’icenda: Kugendera akaranga n’imico myiza vyamye biranga Uburundi n’Abarundi harimwo gukunda ibikorwa.
Ubw’icumi: Dusavye abiyamamaza muri aya matora kubigira mu mahoro n’umutekano, ntibajuragize abenegihugu bazeyeko amajwi; bahiganishe imigambi, bareke abenegihugu bace urubanza. Uwuzorushwa azoshire aho intahe ishize, hanyuma uwuzotsinda nawe atsindire bose. Na kare ngo:”Aho Imana itakugeneye ntuhashinga intahe uhashinga ijisho”.
Ubw’icumi na rimwe: Mu gihe imvura imaze imisi igwa ari nyinshi ikonona ibitari bike, mukomeze wa mutima wo gufashanya no gutabarana kuko: “Buraca bugacana ayandi”, kandi “Ikiza ntikizira umwe”.
23. Imbere yo gusozera, twashaka gusubira gukengurukira cane abo twakoranye ibikorwa rusangi muri iyi myaka 15 iheze, ivyo twakoreye hamwe birateye igomwe. Turakengurukiye ku buryo budasanzwe abadusengeye, abatugabiye, n’abaterereye mu nyubako zose twagizemwo uruhara. Umwe wese tumufise ku muzirikanyi, kandi tuzokwama tumwibuka, twongera tumusengera. 24. Ku bijanye n’iki kiza karanda ca korona, turasubiye kuremesha no guhumuriza Abarundi. Ingingo zihagije zarafashwe, twese dusabwe kuzubaha no kuzubahiriza. Ibisigaye Imana izotuzitirira nk’uko yama iturinda ivyago kuva kera; n’uno musi ikiganza cayo kiri ku Burundi. Tubandanye kandi gusenga, dusabira abo gisugereje, ntitumere nka wa wundi ngo “Amarushwa ari ku wundi ntakuraza itiro”. Turabaremeresheje, iki kiza ni imvura izohita. 25. Mu gusozera, turasubiye kubakengurukira cane ku kuntu twakoranye neza muri vyinshi. Twatanguye bigoye ariko duhejeje vyoroshe. Twashaka kubasaba kuyoboka Umukuru w’Igihugu agiye kuramutswa Uburundi, maze intambwe y’iterambere no kwishira n’ukwizana tugezeko ntisubire inyuma. IMANA IHEZAGIRE UBURUNDI N’ABARUNDI;
IMANA IBAHE UMUGISHA MU BIKORWA VYANYU;
MURAKOZE;
Umuporona Tatien Sibomana ahamagarira gutora Agathon Rwasa
Umviriza igituma yahisemwo gushigikira umushingamateka Agathon Rwasa :  Ndongozi z Umugambwe w Abadasigana UPRONA. Badasigana mwes, Tugire amahoro(3), Ubumwe n Umugambwe w Abadasigana UPRONA. Kuri uyu usi hatangura icese imyiyamamazo yo kwitegurira amatora ategekanijwe igenekerezo rya 20 RUSAMA 2020, nagira ndabashikirize ibi bikwirikira:. 1. Nkuko twabiciye hirya no hino mu manama twama tugirana n abarongoye abandi, twariyemeje ki dutegerezwa gukora ibishoboka vyose ngo habe ihinduka ry ingene igihugu gitwawe mu Burundi( changement). 2. Iryo hangiro canke intumbero twihaye vyari kuba vyiza tuyishitseko dufise abazoba batowe ngo baduserukire mu nzego zose mugabo murabizi ntivyakunze kubera akarwi ka Gaston-Gashatsi bafashijwe n ubutegetsi bwa CNDD-FDD. Nico gituma rero dutegerezwa gutora ihinduka ry ibintu kugira iyo mirwi uko ari ibiri tuyisubirize mu ndumane. 3. Gutora ihinduka (changement) rero, si ugta ijwi ahadashika, si ugutora umu candidat atamajwi yoronka yotuma iryo hinduka ryoshoboka. Ni ugutora neza(vote utile), ugashira ijwi aho rizogira ico rifashije. Aho naho twasanze ari muri CNL. Muzotore rero muri CNL kuva mu matora y abajenama ba Komine, ay Abashingamateka hanyuma muhunde n amajwi umu candidat wayo mu matora u abahiganirwa ikibanza c Umukuru w Igihugu. 4. Mumenyeshe abanywanyi bacu n abakunzi bose ko Uprona itavuga rumwe n ubutegetsi itari mu runani Kira- Burundi ko rero atawojuragirika canke ngo ahendwa n abohava nabivuga uko bitari. 5. Muvunire akagohe abacijijanya imitima ko bohava batora turya tudumbidumbi twa ba Gaston- Gashatsi, Mbayahaga- Giteruzi n abandi mubereke neza ko aritwo ubutegetsi bwa CNDD-FDD bucako mu gusenya burundu umugambwe twrazwe n Umuganwa atari umugani Louis RWAGASORE. Ko reri bobava inyuma tukabahana bakuhanagura. 6. Murarikire Abadasigana bose kwitaba imyiyamamazo ya CNL nkuko abaduserukira mu Ntara no mu ma Komine muriko murabikorana n abarongoye CNL muri utwo turere muherereyemwo, ariko mwibuke kwubahiriza ibisabwa kugira twikingire ca kiza Corona virus. 7. Mubwire Abanywanyi bacu ko naho tuzotora CNL ntituri abanywanyi bayo. Arico gituma muri iyo myiyamamazo batokwambara ibimenyetso vy uwo migambwe eka mbere n ivy uwundi mugambwe uwariwo wose. 8. Dusavye mwebwe Ndongozi z Umugambwe ku nzego zitandukanye gushikana kure ibi tubashikirije. Natwe twiyemeje gukwirikiranira hafi ibi bikorwa vyo kwiyamamaza bitanguye, tukavugana kenshi n abarongoye CNL Ku rwego rw igihugu kugira tuze turabamenyesha bishasha vyose Ku mwanya Ku mwanya. 9. Duca turungikira intara yose programme y imyiyamamazo y aho muherereye kugira mwitegure neza. Imana ibahangaze. Bigiriwe i Bujumbura Ku wa 27/4/2020. Kubw’inzego zirongoye umugambwe, Tatien SIBOMANA.
Umugambwe CDP wahisemwo gushigikira Evariste Ndayishimiye
Kur’uyu wa mbere umugambwe CDP wari wuguruye imyiyamamazo igana amatora azoba itariki 20 za Rusama. Uwo mugambwe ukaba wemerwe gusa gusa kwitoza ku rwego rw’abashingamateka n’abajenama ba komine mur’aya matora yimirije. Umukuru w’uyo mugambwe, Anicet Niyonkuru, akaba yahuye n’abanywanyi biwe muri zone Ngagara muri mairie ya Bujumbura mukibanza bise Ozone Diplomatique.  Anicet Niyonkuru akaba yaciye yerekana abitoza mu kibanza c’abashingamateka mu ntara ya mairie ya Bujumbura no mu ntara ya Bururi aho bemerewe na CENI kwitoza gusa baravye abakwijije ibisabwa n’amategeko. Abo bashingamateka na Anicet Niyonkuru bakaba baratanze imigambi yabo ishimikiye cane mugusanura amabarabara, ubwigenge bw’ubutungane, kurwanya amazi y’imyuzurira, gukomeza umutekano no kwongereza amasaha yo gukora kubakoresha amataxi moto na tuk tuk. Anicet Niyonkuru akaba yasubiye gusigura ico yise ingunga ya kane ariyo ishimikiye kuterambere havuye ku kwikukira, intwaro rusangi hamwe n’icangwa ry’igisoda ryazanye umutekano kuri bose. Munyuma yaho Anicet Niyonkuru yasavye ko mukibanza c’umukuru w’igihugu abanywani biwe botora General Evariste Ndayishimiye, umukandida w’umugambwe CNDD-FDD. Anicet Niyonkuru asigura ko Evariste Ndayishimiye yubahirije amasezerano mugihe abanywanyi b’umugambwe CDP bashaka gutaha inyuma y’’imyiyerekano yabaye mu mwaka wa 2015. Anicet Niyonkuru akavuga ko atamu nywanyi wiwe arakomwakomwa ngo nuko ari mu mugambwe CDP. Ikindi Anicet Niyonkuru avuga nuko Evariste Ndayishimiye yamusavye ko boja hamwe mu gutsinda amatora yo mu 2020. Ariko Anicet Niyonkuru akavuga ko azobandanya ahanura Leta kubijanye n’ubuzima bw’igihugu.
Imyiyamazo y’abitoza yatanguye m’Uburundi
Kur’uyu wa mbere niho hatangura imyiyamamazo y’abitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, abashingamateka n’abajenama ba komine. Abitoza mur’ico kibanza c’umukuru w’igihugu uko ari batandatu bakaba bakwiye imihingo kugira barabe ko boronka amajwi mu banyagihugu.   s Evariste Ndayishimiye, yitoza ku giti c’umugambwe CNDD-FDD, akaba yatanguriye iyo myiyerekano mu ntara ya Gitega, komine Bugendana, sikure cane yaho avuka muri komine Giheta. Agathon Rwasa, yitoza ku giti c’umugambwe CNL, nawe akaba yatanguriye mu ntara ya Ngozi, nawene niho avuga.  Gaston Sindimwo, yitoza ku giti c’umugambwe UPRONA, akaba yatanguriye imyiyamamazo mu ntara ya Mwaro. Domitien Ndayizeye, yitoza ku giti c’urunani Kira-Burundi, akaba yagiye i Muramvya. Leonce Ngendakumana, yitoza ku giti c’umugambwe FRODEBU, akaba yatanguriye muri zone Kinama muri mairie ya Bujumbura, cokimwe na Dieudonné Nahimana, uwigenga, yatanguriye muri mairie ya Bujumbura muri zone Kibenga. Francis Rohero nawe akaba yameneysheje ko azotangura kur’uyu wa kabiri ku kibuga bita Tempete muri mairie ya Bujumbura.  Ariko amasanganya y’imodoka za fuso zipakiye abanywanyi bimigambwe akaba atanguye kwibonekeza, aho ni nko mu ntara ya Ngozi aho hari ifuso yatemvye igeze k’uruzi Ruvyironza itwaye abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD, abantu babiri baciye bahasiga ubuzima. Abakuru b’igipolisi bakaba bari bamenyesheje ko imodoka zipakira abantu zobanza gusuzumwa imbere yuko zishiramwo abo bantu.

Breaking News : Nyuma yo kwiyamirizwa n’abanyagihugu, Perezida wa Burkina Faso...
Umukuru wa Burkina Faso ” Blaise Compaore ” yatangaje ko atanze imihoho inyuma y’iminsi ibiri y’imyiyerekano y’abantu bashaka ko ahava.  Yari amaze imyaka 27 ku butegetsi. Comapore yasohoye itangazo avuga ko intebe y’umukuru w’igihugu ubu igaragara kandi ko amatora azoba mu mezi atatu. Umukuru w’ingabo General Honore Traore yamenyesheje ko aciye afata ubutegetsi.
Uyu musi abanyagihugu bo muri Burkina Faso bari mumunezero udasanzwe nyuma yo kwunva ko Blaise Compaore yatanze imihoho Imbere y’aho umusirikare w’intwazangabo muri Burkina Faso avuga ko prezida Blaise Compaore atakiri ku butegetsi, Uwo musirikare yabibwiye isinzi ry’abantu bazindukiye mu mabarabara ku murwa mukuru Ouagadougou basaba Compaore gutanga imihoho.  Abantu amajana n’amajana bari basubiye kuzinduka bashwara ku munsi ugira kabiri umurwa mukuru wa Burkina Faso Ouagadougou, basaba prezida Blaise Compaore gutanga imihoho, Umukuru w’Igihugu ca Burkina Faso Blaise Compaore yagomba kuva ku butegetsi nyuma y’amatora yo mu mwaka uza. Yagiye kubutegetsi mu 1987 amaze gutembagaza ubutegetsi bwa SANKARA, akaba yaratsinze amatora menshi vyavugwa ko yabayemwo utunenge.
Menya hano ibintu bikomeye Agathon Rwasa yavuze kuvyerekeye” Intambara hamwe n’amatora...
Agathon Rwasa umwe mubanyepolitique baba mu Burundi bafise abakunzi benshi avuga ko amatora y’imirije y’umukuru wigihugu yo 2015 ko atanumwe bari bakwiye gukumira ko yokwitoza kuko ngw’intambara bahozemwo ngo yaraheze.
Agathon Rwasa arongoye FNL, uwo mubona ari hagati yabo basirikare. Ubwiwe avuga ko basezeye intambara ndetse akaba asaba umugambwe uri kubutegetsi yuko woshira ubwoba bwo gutsindwa ahubwo ngo ureke nabo batavuga rumwe bahiganwe kugirango abanyagihugu abe aribo bitorera. Agathon Rwasa agira ati : Twarasezeye Intambara ,Nibashire ubwoba bwogutsindwa mumatora,batunganye amatora meza yo mu 2015 atanumwe bakumiriye, duhiganwe uwutsindwa atsindwe uwutsinda atsinde .
Ngibi ibintu bikomeye ” Agathon Rwasa yavuze uyu musi, Abenshi bakomeje...
Rwasa Agathon, umwe mu banyeporitike bafise abanywanyi bapfungiwe mu mabohero atandukanye, amenyesha ko ubutungane bw’Uburundi bwari bukwiye kuza burafata ingingo butarinze kurindira ko amakungu asemerera. Kubwa Rwasa Agathon, nta butegetsi na bumwe bushimirwa ko bwapfunze abantu benshi. Sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura yafashe ingingo yo kurekura vy’agateganyo Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru w’ishirahamwe APRODH. Yarekuwe inyuma y’incuro zibiri zose zikurikirana sentare ifata ingingo yo kumugumiza mu munyororo, naho amashirahamwe yaba mpuzamakungu canke ayo mu Burundi yaguma asemerera ko yorekurwa vy’agateganyo. Petero Karaveri Mbonimpa arekuwe kandi inyuma y’aho inama nshingamateka y’ibihugu vya buraya, hamwe na Barack Obama, umukuru wa Reta zunze ubumwe za Amerika, basabiye ko yohabwa umwidegemvyo. Rwasa Agathon avuga ko igihugu c’Uburundi kidashobora gutera imbere mu gihe ubutungane bukirindira ko amazi arenga inkombe, amakungu agasemerera kugira bufate ingingo. Kubwa Rwasa Agathon, abategetsi b’Uburundi bokwisubirako, bakarekura abantu bose bapfunzwe bazira ivyiyumviro vyabo, kuko ata mutegetsi n’umwe azoshimirwa, canke yari akwiye kunezerezwa n’uko yapfunze abantu benshi. Rwasa Agathon ati : ” Ubutungane ntibwari bukwiye kuba ubwo guhasha abantu bose badafise ivyiyumviro nk’ivy’umugambwe uri ku butegetsi .”
Rwasa Agathon, umwe mu banyeporitike bafise abanywanyi bapfungiwe ma mabohero atandukanye Mu gihe kw’igenekerezo rya mbere Mukakaro 2014, umukuru w’igihugu yafashe ingingo yo gutezurira abapfungwa ibihumbi 3000, Rwasa Agathon asaba ko muborekurwa hoshirwamwo n’abanywanyi biwe bapfunzwe bazira ivyiyumviro vyabo, akibutsa abatwara ko igihugu ari ica bose, kandi ko utawuhora ku butegetsi. Ku vyashikirijwe mw’itangazo rya Reta y’Uburundi ko ubutungane bw’Uburundi butakoreshejwe yaba inama nshingamateka y’ibihugu vya buraya, canke umuntu uwariwe wese yaba uwo mu Burundi canke mu makungu, mw’irekurwa rya Petero Karaveri Mbonimpa, Rwasa Agathon avuga ko bitagira ishingiro, kuko butari bwace na kabiri umuvugizi wa Reta y’Uburundi, Firipo Nzobonariba, amenyesheje ko Petero Karaveri Mbonimpa afise amakosa menshi, kandi ko abasaba irekurwa ryiwe bafise izindi ntumbero. Kubwa Rwasa Agathon, ahubwo ubutungane bwokwirinda kuza burakoreshwa n’abatwara mu guhohotera abafise ivyiyumviro bidasa n’ivy’ubutegetsi. Sources : Igihe Burundi
Imigambwe 9 y’abanyepolitike ivyo yanditse isaba umukuru w’igihugu ” Petero Nkurunziza...
Imigambwe icenda hamwe n’abanyeporitike bari mu murwi w’abiswe acteurs politiques, bamenyesha ko atamuco uri mw’itegurwa ry’amatora yo mu mwaka w’2015, ndetse bagasaba ko hojaho umurwi wa CENI ataho wegamiye.  Mw’ikete iyo migambwe hamwe n’abo banyeporitike bandikiye umukuru w’igihugu hamwe n’abategetsi bakuru bo muri iki gihugu, uwuserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya n’Afrika, mu gusaba ko hojaho umurwi utegura amatora meza, kandi ataho yegamiye. Umurwi CENI uhari uwu munsi mu Burundi, ukaba uriko uriyamirizwa n’imigambwe itavuga rumwe na CNDD-FDD, umugambwe urongoye Uburundi kuva mu mwaka w’2005 kuba uwo murwi uriko ukorera inyungu z’uwo mugambwe uri ku butegetsi. Abarongoye iyo migambwe bavuga ko habuze ikiyago mw’itegurwa ry’ayo matora ku va mu mwezi kwa Mukakaro uwu mwaka, ndetse ihonyangwa ry’ivyari vyarashitsweko mu rupapuro rw’inzira abanyeporitike bashizeko umukono bose mu ntara ya Kayanza ruhonyangwa amenya nk’uko babandanya babivuga. Sources : Igihe Burundi
Ntibisanzwe : Menya hano ikindi kintu kibabaje cane ” Agathon Rwasa...
Abanyeporitike bamwe bamwe barababajwe nuko batatumiwe mu nama yari yatunganijwe n’umugwi CENI kuri uyu wa kabiri.  Agathon RWASA acemeza ko ariwe arongoye umugambwe FNL avuga ko umugwi CENI watanguye gukumira bamwe bamwe mu banyeporitike mu bijanye n’amatora yo mu mwaka 2015. N’imvugo ni nkiyo mu mugambwe UPRONA urongowe na Charles NDITIJE ariko atemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. Charles NDITIJE akavuga ko umugwi CENI ushobora no kutazobaza bose mugushiraho imigwi y’amatora mu ntara no muma komine. NDITIJE amenyesha ko bitumvikana kubona hatumirwa Coniclie NIBIGIRA hagutumirwa inzego zatowe mu mwaka 2009 ngo zirongore umugambwe UPRONA. Sources : Bonesha FM
UPRONA : Umukuru w’igihugu ” Petero NKURUNZIZA ” ntaburengazira na bumwe...
Umugambwe UPRONA urongowe na Concilie NIBIGIRA umenyesha ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, ata burenganzira afise bwo gusubira kwitoza ubugira 3.
Nyakubahwa umukuru w’igihugu ” Petero Nkurunziza arikumwe na President w’igihangange waha muri America ” Barack Obama Umushingamateka Andre NDAYIZAMBA arongoye urwego rujejwe gutegura amatora muruwo mugambwe, avuga ko ibwirizwa nshingiro n’amasezerano y’i ARUSHA bitegekanya ibiringo 2 gusa. Yabishikirije mu kiganiro cahawe abamenyeshamakuru kuri uyu 4. Uwo mugambwe umenyesha kandi ko wiyamiriza akarenganyo gakogwa n’umugwi CNTB.

Rwasa na ‘Samuragwa’ batanguye imyiyamamazo naho hari akaga ka COVID-19
Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2020, umukandida wa CNL, Rwasa Agathon hamwe n’umukandida wa CNDD-FDD batazira ‘Samuragwa’, Evariste Ndayishimiye, batanguye imyiyamamazo naho hari akaga ka COVID-19 mu gihugu c’Uburundi. Umukandida wa CNL , Rwasa Agathon, yatanguriye imyiyamazo mu ntara avukamwo ya Ngozi mu buraruko bw’Uburundi.  Evariste Ndayishimiye batazira Neva canke ‘Samuragwa’ nawe yatanguriye imyayamazo mu ntara avukamwo ya Gitega mu gihugu hagati. Abakandida bashika ku ndwi nibo batanguye guhiganirwa intebe y’umukuru w’igihugu, ariko abahabwa amahirwe cane akaba ari Rwasa na ‘Samuragwa’. Naho hari ikiza ca Coronavirus, abategetsi b’Uburundi bigaragara ko babandanya bavuga ko ‘vyifashe neza’ kandi ko ari ‘ubuntu bw’Imana‘ kubona Uburundi butarasinzikra cane nk’ibindi bihugu mw’isi. Ku makuru ashirwa ahabona, bivugwa ko Inyankamugayo za CNL zavuye mu ntara z’Ubumanuko zankiwe kurengana i Gitega kugira zije kwifatanya na ‘Shebuja’ wabo ari i Ngozi bitumwe n’igipolisi muri iyo ntara ya Gitega. #Elections2020 : #CNL party members coming from southern provinces, heading to #Ngozi for the launch of the electoral campaign are blocked by police in #Gitega. #Burundi pic.twitter.com/YjSYnfA9E3 — SOS Médias Burundi (@SOSMediasBDI) April 27, 2020
Abandi bagwayi batatu ba coronavirus batowe m’Uburundi
Ivyo vyamenyeshejwe mw’itangazo ryasohowe kur’uyu wa gatandatu n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya SIDA. Abo bagwayi batatu bakaba batowe mu bantu 54 bapimwe, abo nabo bakaba bamaranye umwanya munini n’umwe mu bagwayi baheruka gutorwako iyo ngwara.  Muri kino gihe rero abagwayi bakaba bashika 8 bari mu bitaro, bane bakaba barakize umwe nawe akaba yaritavye Imana. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buramenyesha ko bubandanya bupima abantu bamaranye umwanya munini n’abo batatu batoweko ingwara ya coronavirus itaye ubwoba amakungu kuko yandukira iciye mumuyaga urimwo amate y’umugwayi. Ariko abo bagwayi bakaba batakivuga aha babatoye bamwe bakavuga bibujijwe n’amategeko y’ubuvuzi abandi nabo bakabona kwari ingingo za politike. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu busaba abarundi kuguma batekanye no gukwirikiza amabwirizwa y’isuku. Ubwo bushikiranganji kandi bukaba buheruka gutanga ibikoresho vyo kwikingira iyo ngwara kubanyepolitike bazotangura imyiyamamazo kur’uyu wambere ariko bisa nuko bidakwiye uravye abanyagihugu bazokwitaba iyo myiyamamazo. Mukamenya kandi abanyeshure baheruka gutangura igice cagatatu c’umwaka w’ishure 2019-2020, bikaboneka ko abo banyeshure badakingiwe bikwiye mu kwirinda iyo ngwara.
I Ngozi n’I Gitega niho hazotangurira imigambwe ibiri iboneka cane k’urubuga
Uwambere akaba ari umugambwe uri k’ubutegetsi CNDD-FDD, ukazotangurira imyiyamamazo mu ntara ya Gitega. Iyo ntara akaba ariyo nyene umukandida w’uyo mugambwe, Evariste Ndayishimiye, avuka, akaba ari muri komine Giheta ugire ushike mu gisagara ca Gitega, ubu yagizwe umugwa mukuru wa politike.   Uyundi mu gambwe wamenyesheje aho uzotangurira imyiyamamazo n’umugambwe CNL urongowe n’icegera ca mbere c’Inama Nshingamateka, Agathon Rwasa, akaba nawenyene ariyo ntara avukamwo. Mu matora aheruste urunani yarimwo bari bise Amizero y’Abarundi rwari rwabaye urwakabiri havuye umugambwe CNDD-FDD naho urwo runani rwari rwahisemwo kuva mu matora.
Igihugu ca Madascar kivuga ko catoye umuti w’ingwara coronavirus
Mugihe igihugu ca Madascar kiri kumugabane wa Afrika kivuga ko catoye umuti uvura ingwara ya coronavirus, ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu OMS ryoryo rivuga ko atavyemeza ko uwo muti bise covid-Organics uvura iyo ngwara imaze kwica abantu barenga 170 000 kw’isi mu mezi atatu gusa.  Umukuru w’igihugu ca Madagascar, Andry Rajoelina, wewe akaba yatunguje gutanga uwo muti kumugaragaro kur’uyu wambere itariki 20 ndamukiza, uwo mukuru w’igihugu akavuga ko uwo muti ukinga ukongera ukavura iyo ngwara y’akamangu coronavirus. Nawe nyene akaba yaranyoye kur’uyo muti ukozwe mugiterwa citwa Artemisia, akavuga kandi ugiye gutangwa kur’iryo zinga ryose rya Madagascar. Ariko abashakashatsi bo muri Madagascar bahuriye muco bise ANAMEN ntibahuza n’ikigo cakoze uwo muti arico IMRA kuko ngo uwo muti ushobora kugira ingaruka mbi kubantu bazowihereza kuko ngo nturerekana neza ko ukiza ico kiza coronavirus. Uwo muti rero ukaba uriko uratangwa ku bantu bantahonikora bashobora kwandura iyo ngwara. Abandi nabo bakazowuronga kugiciro gitoyi, amahera avuyemwo akazojanwa mu kigo catoye uwo muti IMRA kugira kibandanye ubushakashatsi. Mwomenya ko no m’Uburundi igiterwa Artemisia kiriko kirakwiragizwa mu ntara zo m’Uburundi n’umupfasoni Ginette Karirekinyana yemeza nawe ko ico giterwa kinyobwa nk’icayi gikinga ingwara ya malaria.
Uburundi bugira ubwa 160 m’ubihugu 180 mubujanye n’ubwigenge bwo kumenyesha amakuru
M’urutonde rwasohowe n’ishiharamwe mpuzamkungu Reporters Sans Frontieres rijejwe guharanira ubwigenge bw’abamenyeshamakuru n’ibimenyeshamakuru, Uburundi bwaje mu kibanza ca 160 mu bihugu 180 vyo kw’isi yose. Mu mwaka uheze wa 2019, Uburundi bwagiye mu kibanza ca 159, bukaba bwataye ikibanza kimwe mur’uyu mwaka wa 2020 mu vyerekeye ubwigenge bwo kumenyesha amakuru.   Ishirahamwe RSF mu guha ico kibanza Uburundi rishimikira kwiyugarwa ry’amaradiyo mu myiyerekano yabaye mu 2015 aho gushika nubu atarugururwa hamwe n’ihunga ry’abamenyeshamakuru. RSF ikavuga ko mu majambo y’abategetsi hibonekeza gufata nk’abansi amaradiyo yigenga ayo nayo abamenyeshamakuru bayo maradiyo bakaba bakunda kugira ingorane iyo bagiye kurubuga kurondera amakuru mbere hakaba hari n’abafunzwe. Ibimenyeshamakuru kandi bikaba bitemerewe kuzovuga ivyavuye mu matora yimirije yo mu 2020 Rusama mu gihe urwego CENI rujejwe gutegura amatora rutarabivuga. Mwomenya ko ikigo CNC kijejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora m’Uburundi cahagaritse ibimenyeshamakuru bitanu arivyo Ntumbero FM, Mziki FM, Ijwi ry imbabazi, SN News, na Voix du développement. Vyinshi mur’ivyo bikaba bitashoboye gukora mu gihe vyari vyamenyesheje, impamvu kenshi akaba ari kubura uburyo bwo gukora.
Umugambwe ADR wahisemwe gushigikira CNDD-FDD mu matora ya Rusama 2020
Mw’itangazo umugambwe ADR-Imvugakuri urongowe na Alice Nzomukunda, yahoze ari icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu imbere yuko atanga imihoho mu mwaka w’i 2005 munyuma yinjira murunani CNARED,  wamenyesheje ko uzoshigikira umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD n’umukandida wawo Evariste Ndayishimiye.  Eka Alice nzomukunda ntiyagarukirije aho yavuze ko azonashigikira intonde z’abashingamateka n’abakenguzamateka b’umugambwe CNDD-FDD murayo matora nyene azoba itariki 20 Rusama 2020. Umukandida w’umugambwe CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye, akaba amaze kuronka imigambwe mito mito imushigikira harimwo kandi nabamwe mubanywanyi b’umugambwe UPRONA barongowe na Isidore Mbayahaga. Abantu rero benshi baribaza ko iyo migambwe yoba ifise abanywanyi canke amafaranga yo kwiyamamaza kuburyo ica ihitamwo kwegamira imwe mu migambwe ikomeye m’Uburundi. Urunani Kira-Burundi narwo nirwo rumaze kuronka imigambwe ija hamwe ariko imigambwe FRODEBU, UPRONA na CNL iboneka kurubuga no mu nzego ikaba itararonka imigambwe iyishigikira ariko imwe muriyo ikaba iboneka ko ishobora guhindura ibintu mu matora.
Abantu batanu batoweko umugera utera ingwara ya coronavirus m’Uburundi
Mw’itangazo ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya SIDA buhejeje gusohora kur’uyu wa kabiri bumenyesha ko hari abandi bagwayi batanu basanze bafise umugera wa covid-19 utera ingwara ya coronavirus. Ubwo bushikiranganji bukamenyesha ko bamwe batanu bahora bagwaye basubiye kubapima kandi basanga ntibagifise uwo mugera ubugira kabiri.   Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bukamenyesha ko bwakoze ibipimo kubantu bagera 198 babonanye umwanya munini n’abagwayi basanga batanu muribo barafise uwo mugera, bakaba baciye binjizwa ibitaro kugira baabkurikirane bongere bakingire n’abo babana ntibabanduze. Abo batanu nabo basanze batakigwaye iyo ngwara ya coronavirus bahawe uruhusha rwo gutaha mu mihana yabo. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bubandanya busaba abanyagihugu gutekana no gukurikiza amabwirizwa y’isuku.
Imvura nyishi ibandanya kubomora inyubakwa m’Uburundi
Muri kuno kwezi kwa kane abakera bise Ndamukiza haba hari imvura nyinshi bise urushana. Iyo mvura ikaba ari nyinshi mu mihingo yose y’Uburundi. Ikiyaga Tnaganyika kikaba carasheshe kuko cakira amazi y’inzuzi zose ziva m’Uburundi, na Congo Iharanira Demokarasi, zambia n’ibindi bihugu.  Abubatse ku nkengera zico kiyaga mu gisagara ca Bujumbura bakaba bajumarariwe kuko henshi hadengera amazi yico kiyaga. Iyo mvura ikaba kandi yabomoye amazu adakomeye muri zone Gatumba aho haciye hibonekeza impunzi zivuye kurayo mazi y’imvura yakwiye mu mabarabara. Hakurya Ibuvira mu gihugu ca Congo hoho abantu bashika 300 bakaba baritavye Imana mw’ibomagurika ry’amazu inyuma y’imvura yaguye mw’ijoro ryo ku wagatanu kuva isaha zitanu zijoro gushika isaha 12 z’agatondo. Eka n’amabarabara ntiyohewe ibarabara rya RNI rikaba ririko rirabomoka igice cayo gica muri komine Isare. Ibaraba rya RN7 naryonyene rikaba ryaramanyutse igice cayo rica aho bita Kwa Ruhara. Ubushikiranganji bujejwe inyubakwa za Leta bukaba bwamenyesheje ko bugiye gusubiramwo ayo mabarabara nariryo ariyo azoca abariko bariyamamaza muraya matora azoba itariki 20 Rusama 2020, imyiyamamazo nayo ikazotangura itariki 27 ndamukiza 2020.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibihuha ni vyinshi ku bagwaye ingwara ya coronavirus m’Uburundi
Kumbuga ngurukana bumenyi hariko haraca amakuru avuga ko m’Uburundi abagwayi bane boba bitavye Imana mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Bikavugwa kandi ko n’umukuru w’Inama nshingamateka nawene ari ku musego biturutse kur’iyo ngwara ya coronavirus yugarije isi yose.  Ayandi makuru nayo akavuga ko umupfasoni w’umukuru w’igihugu nawene yajanywe mu gihugu ca Kenya kwivuza iyo ngwara ibuza umuntu guhema harimwo n’ubushuhe. Abantu nabo bakaguma barungika ubutumwa ku mbuga ngurukana bumenyi bavuga imiti itandukanye yoshobora kuvura no gukinga iyo ngwara ya coronavirus. Ayo makuru rero akaba atarabeshuzwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu benshi bagiriza kutitaba kukamo baba batewe n’abagwayi bibonyeko ibimenyesto vya coronavirus. Inumero za telephone zatanzwe nyinshi zikaba zititaba. Ubwo bushikirangani bw’amagara y’abantu bukaba butaratanga inkuru zikwiye kurabo bagwayi bavugwa hamwe no kuriyo miti abantu bifashisha kugira bivure ingwara ya coronavirus.
Denise Nkurunziza yoba yajanwe muri Kenya kuvurwa Coronavirus
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba akandi yiteguriye gusohoka ku butegetsi, ariwe Denise Bucumi Nkurunziza, yajanwe mu gihugu ca Kenya inyuma yo kwandura umugera wa Coronavirus. Ibinyamakuru vya Kenya biremeza iyo nkuru ko Denise Nkurunziza yuriye indege ejo ku musi wa kane mwibanga ntangere ajanwe ku bitaro vyigenga biri muri kenya avurwe COVID-19. Ikinyamakuru kimwe kinavuga mbere ko nabakaozi bakorera ku kibuga c’indege ca Bujumbura batemerewe kwegera ku nyandiko za Bucumi Denise zo kuja muri Kenya.  Bikavurwa kandi ko yagiye ajanye n’aba garde-corps biwe batatu umwe muribo akaba yaranduye nawe uyo mugera wa Covid-19. Naho ayo makuru yagizwe ibanga ntangere, biraboneka ko ibinyamakuru vyo muri Kenya vyovyo vyaciye bibona icajanye Denise Bucumi mu gihugu ca Kenya ko ari ukwivuze Coronavirus. Umushiikiranganji Thadee Ndikumana naho yahakanye ko yagiye muri Kenya kwivuza Coronavirus ku wa 21 Rusama 2020, ibinyamakuru vya Kenya vyemeza ko yagiyeyo kwivuza Covid-19. Sources: 1. https://metropoltv.co.ke/2020/05/29/burundis-ex-first-lady-airlifted-to-kenya-after-contracting-covid-19/ 2. https://sonkonews.com/burundi-first-lady-airlifted-kenya-covid-19/ 3.https://citizentv.co.ke/news/burundi-first-lady-evacuated-to-kenya-after-contracting-covid-19-334094/
Abasenyeri bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020
Umugwi w’abasenyeri bo mu Burundi, CECAB, bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020.  CECAB ikabona ko naho amatora muri rusangi yabaye mu mutekano, hatabuze ibigenda nabi. CECAB iravuga ko hatabaye ugufata kumwe abakandida bahiganirwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu. “Turababajwe cane n’utunenge twinshi twabaye mu matora ku bijanye n’ubwigenge, umuco mu matora hamwe nukunganisha abahiganwe bose mu kubafata kumwe bitabaye”, niko Joachin Ntahondereye arongoye CECAB yamenyesheje. Ibindi abo basenyeri bavuga bitagenze neza mu matora ni uguhata abahagarariye amatora gusinya ku nzandiko za nyuma zivyavuye mu matora(proces verbaux, ugutora mu kibanza c’abapfuye hamwe n’impunzi hamwe no kuja gutorera abandi incuro nyinshi.  Ibindi umugwi w’abaseneyri uvuga ko bitagenze neza ni kuba hari abatora batoye incuro irenga imwe hamwe no kwirukana abari bahagarariye amatora bo mu mugambwe CNL nabandi hamwe no kubatera ubwoba bikozwe n’abategetsi batwara. Idini rya katolika mu Burundi rikaba ryari risanzwe rifitaniye umubano mubi na leta ya CNDD-FDD kuva mu matora yose yarenganye. Ubwo leta y’Uburundi iza kwishura gute kuri ibi birego vyashizwe ahabona na katolika?
#COVID-19: Umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye Coronavirus
Mu makuru ariko aca ku mbuga nguruakana bumenyi ataremezwa na leta y’Uburundi avuga ko umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye umugera wa Coronavirus. Mu makuru ashirwa ahabona n’ikinyamakuru SOS Media Burundi avuga ko umushikiramganji w’amagara y’Abantu, Thaddee Ndikumana, yoba yajanwe mu gihugu ca Kenya kugira avurwe mu buryo bwihuta kubera Coronavirus yoba yaranduye.  Aya makuru arahuye nayandi avugwa ko mu Burundi ubu hari abarwayi benshi ba Coronavirus naho leta y’Uburundi idashaka kubashira ahabona. Mu misi yahera harabaye iyirukanwa ry’abakozi bakorera Ishirahamwe ryitaho amagara y’Abantu mu Burundi,OMS, hakanavugwa ko hoba harabaye ukutabona kumwe kwa leta y’Uburundi ibijanye no kurwanya ikiza ca COVID-19 mu gihugu c’Uburundi. https://twitter.com/SOSMediasBDI/status/1265192155330547712?s=20 Abarundi baba mu gisagara ca Bujumbura na cane cane bobo barafise ubwoba cane kubera ico kiza bivugwa ko coba gikwiragiye mu bantu ariko kubera ibikoresho vyo gupima bidashika kuri bose ntibabimenye. Mu Burundi gushika ubu hamaze kwandura abantu COVID-19 bashika ku 42 mu barenga amajana atanu bamaze gupimwa mu gisagara ca Bujumbura gusa. Ariko rero , nta numwe mu Barundi baba mu gihugu hagati arigera apimwa umugera wa Coronavirus na cane abarundi baba ku mupaka uhana imbibe n’ibindi bihugu vyanduye cane nka Tanzania hamwe n’Uburundi.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibihuha ni vyinshi ku bagwaye ingwara ya coronavirus m’Uburundi
Kumbuga ngurukana bumenyi hariko haraca amakuru avuga ko m’Uburundi abagwayi bane boba bitavye Imana mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Bikavugwa kandi ko n’umukuru w’Inama nshingamateka nawene ari ku musego biturutse kur’iyo ngwara ya coronavirus yugarije isi yose.  Ayandi makuru nayo akavuga ko umupfasoni w’umukuru w’igihugu nawene yajanywe mu gihugu ca Kenya kwivuza iyo ngwara ibuza umuntu guhema harimwo n’ubushuhe. Abantu nabo bakaguma barungika ubutumwa ku mbuga ngurukana bumenyi bavuga imiti itandukanye yoshobora kuvura no gukinga iyo ngwara ya coronavirus. Ayo makuru rero akaba atarabeshuzwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu benshi bagiriza kutitaba kukamo baba batewe n’abagwayi bibonyeko ibimenyesto vya coronavirus. Inumero za telephone zatanzwe nyinshi zikaba zititaba. Ubwo bushikirangani bw’amagara y’abantu bukaba butaratanga inkuru zikwiye kurabo bagwayi bavugwa hamwe no kuriyo miti abantu bifashisha kugira bivure ingwara ya coronavirus.
Abapolisi ba Leta zunze ubumwe bw’Amerika barasaba imbabazi abenegihugu
Uko gusaba imbabazi kw’ibonekeje kur’uyu wa gatandatu aho abapolisi bo muri Let aya Miami bafukama imbere y’abanyagihugu bariko baragira imyiyerekano biyamiriza urupfu rwababaje abantu benshi kw’isi rw’umwirabure w’umunyamerika azwi kw’izina rya George Floyd yaba muri Leta ya Minneapolis.
Uwu mwirabure akaba yahagaritswe haraciye imisi itanu n’umupolisi w’umuzungu w’umunyamerika yitwa Derek Chauvin aca amufukama kw’izosi. Uwo mwirabura kubera yaraboshe amaboko aryamye hasi ntiyashoboye kwikurayo ariko yaguma akoma induru ati biranse ko mpema. Abariko barabibona baragerageje kubuza uwo muzungu w’umupolisi ariko vyabaye impfagusa kuko bagenzi b’uwo mupolisi b’abazungu babapolisi baranse kw’abantu batabara. Abo bariko barabibona baciye bafata amasanamu baca bayakwiza isi yose. Uyo mupolisi w’umuzungu akaba yavuye kur’uyo mw’irabure amaze guta ubwenge akaba yagiye gupfira mu modoka ya ruseha abaniha yari ije kumutwara kwa muganga. Ibisagara vyinshi vya Leta zunze ubumwe bwa Amerika bikaba biri mu myiyerekano vyiyamiriza ubwo bwicanyi bw’uyo mupolisi. Uyo mupolisi yabanje gukurwa mu kazi hamwe na bagenzi be ariko abanyagihugu bavuze ko ivyo bidakwiye akwiye guhagarikwa agacibwa urubanza, ivyaciye bikorwa ubwo nyene. Ishavu ry’amanyamerika babirabure n’abazungu rikaba ritarahera nubu imyiyerekano ikaba ibandanya naho hari ikiza c’ingwara corona virus kibangamiye ico gihugu kimaze kwica abanyamerika barenga 100.000.
Politics News : Abatavuga rumwe n’ubutegetsi batanguje urundi runani rw’abashaka ihinduka
Imigambwe itandatu n’abakinyi ba poritike babiri bose batavuga rumwe na Reta bamenyesheje ko biyunze kugira baze bahindure inzego mu matora yo mu 2015, mu ntumbero yo gukura igihugu mu ntwaro bita iy’agahotoro n’akarenganyo gakorwa n’umugambwe uri ku butegetsi.  Mu rwandiko rwateweko umukono n’umushingamateka Karori Nditije (UPRONA), Rwasa Agathon (FNL), Umushingamateka Yohani Minani (FRODEBU Nyakuri), umwigisha Ndereya Nkundikije (Vert-Intwari), Ndorimana Benoit, Baricako Aloys (Paside-Imboneza), Haramategeko Hugo (NADDEBU), Nditabiriye Dismas (Raddes), bamenyesheje ku mugaragaro ko bagiye kwitabira amatora yo mu 2015, bahuriye ku migambi imwe yo gushayura igihugu.  Nk’uko vyashikirijwe na Rwasa Agathon avuga ko arongoye umugambwe wa FNL, urwo runani rushasha rugiye gukorana nabo bose bavyipfuza, banyotewe kubona intwaro yita “iy’agacinyizo” ya CNDD-FDD isezerewe, kugira bategurire kazoza keza urwaruka, rwo kazoza k’ejo. Aho muri urwo runani bakamenyesha ko bazonashikiriza uwuzobaserukira umwe mu matora yo ku rwego rw’umukuru w’igihugu, n’abazokwitoza mu nama nshingamateka, hamwe no mu zindi nzego z’igihugu.
Agathon Rwasa Muri urwo runani bamenyesheje kandi ko bagiye gushira ahabona mu maguru masha imigabo n’imigambi bahuriyeko, iyo nayo ikazoba ifise intumbero yo kwubaka Uburundi burungwa n’amahoro, ubumwe n’iteka. Bahamagarira abari mu migambwe iyariyo yose, yaba abari mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, canke abari muri CNDD-FDD, ko bokwiyunga kugira bakure igihugu “mu ntwaro y’agahotoro n’akarenganyo”. SRC: Igihe
Ubusuma bw’amatora bwatanguye kwibonekeza, Umugambwe wagirizwa ko watanguye kwiba amatora nguyu...
Amezi 6 yonyene asigaye kugirango u Burundi bwinjire mu matora y’umukuru wigihugu , ubu hariko haratangwa amakarata karangamuntu y’abantu bazoshobora gutora ariko nubwo biruko hariho bamwe mubanyagihugu bavuga ko hariho amakarangamuntu yatanzwe kugira habe ubusuma bw’amatora aho usanga nkumunyagihugu ashobora guhabwa amakarangamuntu arenga abiri.  Nkuko vyemezwa na Radio RPA ( Ijwi ry’abanyagihugu ) bo bavuga ko hari abanyagihugu bariko barahabwa amakarangamuntu menshi kugirango baze batore incuro nyishi, ibi bikaba vyemezwa kandi n’abanyagihugu bamaze guhabwa izo karangamuntu aho bo bavuga ko babaha amakarangamuntu abiri canke ayarenga kugirango baze batore incuro nyishi aho rero ngo ni mu rwego rwo kubahimiriza gutora umugambwe uri kubutegetsi wa  CNDD-FDD UBM News tubibutse ko uyu munsi abanywanyi b’umugambwe MSD bafashe amakarata karangamuntu yariko yegeranywa mubusuma. Hari mu gatondo ko kuruyu wambere kw’ishure ritoyi ryo mu KINANIRA 3 mu gisagara ca Bujumbura. Umukuru wa APRODH yarahari aranegura ubwo busuma aho Pierre Claver MBONIMPA anasaba ko igikorwa co kwandika abazotora cohagarara kigasubirwamwo.
Agathon Rwasa yafashe ingingo yo kuzokwitoza ku giti ciwe, impanvu yabimuteye...
Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe FNL yamenyesheje ko azokwitaba amatora ku giti ciwe yigenga , aho ndetse yasavye umurwi CENI usanzwe utegura amatora ko woreka kubakumira hamwe no guhonyanga uburenganzira bw’abanyagihugu.  Nkuko vyasohotse mwitangazo riteweko umukono na Agathon Rwasa, we hamwe nabasanzwe bari muri FNL bavuga ko bafashe ingingo yo kuzitaba amatora yose bigenga,  aho rero ninyuma yaho CENI yahora ivuga ko umugambwe wabo yuko utemewe n’amategeko bityo akaba ariyo mpanvu bahisemwo kuzokwitaba amatora yose bigenga. Muriryo tangazo nyene ryasohowe na FNL , bo bahamagarira abanywanyi babo bose boba bakwije imyaka ishika kuri 18 canke iyirenga ko hageze igihe co kwiyandikisha bosidukana niyonka kugirango baze bitorere uwo bipfuza.
Politics News : Petero Buyoya ntiyashoboye gutorwa mu burongozi bwa OIF,...
Abakuru b’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa bahuriye kw’izina rya Michaëlle Jean wo muri Canada, mu burongozi bw’ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa. Amahirwe ya Petero Buyoya wo mu Burundi ko ariwe yoramutswa iryo shirahamwe yoba yabaye impfagusa bivuye ku kutumvikana hagati y’abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika.  Inama yo mw’ibanga yaheze ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana abakuru b’ibihugu bo mw’ishirahamwe ry’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa bumvikanye kw’izina rya Michaëlle Jean wo muri Canada ko ariwe yoshingwa kuba umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa (Organisation Internationale de la Francophonie). Michaëlle Jean wo mu gihugu ca Canada, asanzwe yarigeze n’ukuba buramatari wa Canada, akaba abaye umugore wa mbere ahawe uburongozi bw’iryo shirahamwe. Asubiriye mu kibanza cahoramwo umunya Sénégal Abdou Diouf yarangije ikiringo ciwe.
Michaëlle Jean wo mu gihugu ca Canada, asanzwe yarigeze n’ukuba buramatari wa Canada, akaba abaye umugore wa mbere ahawe uburongozi bw’iryo shirahamwe. Mu gisagara ca Dakar muri Sénégal, abakuru b’ibihugu vya Afrika boba batahurije ku woserukira Afrika mu burongozi bw’iryo shirahamwe. Uwahawe uburongozi bw’ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa yamenyekanye inyuma y’umubonano wo mw’ibanga wamaze nk’igihe c’isaha n’iminota mirongo itatu, hagati y’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa François Hollande, umukuru w’igihugu ca Sénégal Macky Sall hamwe n’abakuru b’ibihugu bari bafise abariko barahiganwa, aho twobabwira Denis Sassou Nguesso yari afise Henri Lopès, Petero Nkurunziza yari afise Petero Buyoya mw’ihiganwa, Stephen Harper wa Canada yari afise Michaëlle Jean, hamwe na Kailash Purryag yari afise mw’ihiganwa Jean-Claude de l’Estrac.  Uwo mubonano uheze, abo bakuru b’ibihugu bashikirije abari baserukiye ibihugu vyabo muri iyo nama, izina ry’umunya Canada Michaëlle Jean, w’imyaka 57, akaba abaye umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe agira gatatu, inyuma ya Abdou Diouf hamwe Boutros Boutros Ghali. Uwo azotangura ayo mabanga mashasha ku genekerezo rya mbere Nzero 2015 abaye umugore wa mbere atowe muri ico kibanza. Imbere y’uko uwatowe amenyekana, abari muri iyo nama bobona ko uwutorwa yoba ahava ava muri Afrika yo hagati, kuko babiri baheruka muri ayo mabanga uwa mbere yava muri Afrika y’uburaruko (Boutros Boutros Ghali, Egypte), uwugira kabiri nawe akaba yava muri Afrika y’ubumanuko (Abdou Diouf). Aho mukumva ko babiri (umurundi Petero Buyoya na Henri Lopès wo muri Congo bari bafise amahirwe kurusha abandi, naho Petero Buyoya yayarusha uwo wo muri Congo, kuko yigeze kuba umukuru w’igihugu.  Laurent Fabius, umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu yari yashikirije ko Ubufaransa bushigikiye ko hotorwa uwukomoka muri Afrika, ariko agasaba ko abakuru b’ibihugu vya Afrika bohuriza kw’izina ry’uwotorwa ava muri Afrika.  SRC : Igihe
Ngiyi hano imigambwe yiyunze mu rwego rwo kwitegurira amatora yo mu...
Imwe mu migambwe iriko iriyegeraniriza hamwe mu kwitegurira amatora yo mu mwaka w’2015. Nk’uko aya makuru tuyakura muri bamwe mu barongoye imigambwe, urwo runani naho rutaratorerwa izina rwuguruwe kugira haboneke imigambwe ikomeye ishobora guhiganwa n’umugambwe uri kubutegetsi CNDD FDD. Kugeza ubu bikavugwa ko imigambwe nka FRODEBU Nyakuri na FNL ishami rirongowe na Rwasa Agathon eka n’umugambwe w’Abadasigana UPRONA ishami rirongowe n’umushingamateka Karori Nditije yoba imaze gutera umukono ku masezerano yo gukorera hamwe mu matora yo mu mwaka w’2015.  Iyo migambwe rero bikavugwa ko iriko irategura n’amategeko azoyigenga muri ico gihe nyene c’amatora,. ndetse n’iyindi migambwe ikaba iriko iraja gusaba kwinjira muri urwo runani. Mukamenya ko umugambwe wa Rwagasore urongowe na Karori Nditije wari waramaze kubishikiriza yaba mu manama n’abanywanyi biwe canke mu biganiro ku bamenyeshamakuru, ko umugambwe arongoye witeguriye kuja hamwe n’uwo wese yumva ko umugambwe uri kubutegetsi kuva mu mwaka w’2005, CNDD FDD utosubira kubatwarana
Bino bintu bikomeye bishaka bibe kuri Agathon Rwasa wavyunvise ? Soma...
Umushikirizamanza mu Burundi aheruka kurengutsa  ubwa mbere abaserukira impunzi z’abanyekongo b’Abanyamulenge bahungiye muri ico gihugu mu rubanza basaba ko hokurikiranwa abishe benewabo mu Gatumba mu 2004.  Abaserukira abandi 3 nibo barengutse ku mvo z’amatohoza imbere y’icariho c’umushikirizamanza mukuru muri sentare isubiramwo imanza ya Bujumbura. Umwe umwe wese yumvirijwe ukwiwe mu kiringo c’isaha irenga. Kw’itariki 13 ukwezi kwa 8 mu 2004, mu Gatumba hiciwe abanyamurenge barenga 160. Abaserukiye abandi bavuze ko kwumvirizwa n’ubushikirizamanza ari intambwe bazokwemera ko ubutungane bw’uburundi bufise ishaka ry’ugukurikirana urwo rubanza mu gihe abo barega bazoba barengukishijwe imbere y’ubutungane. Mu 2010 , umuryango w’Abanyamulenge witwariye nyakubahwa Agathon Rwasa na Pasteur Habimana ko boba baragize uruhare murivyo bintu.  Mu gihe dusigaje amezi 6 yonyene gusa kugirango u Burundi bwinjire mu matora y’Umukuru wigihugu, bamwe bavuga ko kuba abo banyamurenge bagiye kwitwara , ngo hoba ari ukugirango nyakubahwa Agathon Rwasa arongoye FNL ntaze yigere yitabira amatora y’Umukuru wigihugu, ubwo ngo bakaba bariko barageregeza uko vyogenda kwose kugirango Agathon Rwasa akurikiranwe nubutungane bityo ngo ntaze ahabwe amahirwe yo kwitoza. Abanyamurenge bo barabihakana ahubwo bo bavuga ko bagiye kwitura ubutangane kugirango ukuri kwababiciye ababo mu gatumba kumenyekane, ariko nubwo biruko benshi bakomeje kwibaza bati : Ni Gute iyo himirije igihe camatora ariho baca bagerageza kwitura ubutungane ?
Mu mwaka 2015, Leta yu Burundi iteganya gukoresha Imiriyaridi 1534,3
Amafranga y’amarundi agera ku miriyaridi 1534,3 ,niyo Reta itegekanya kuzokoresha mu mwaka uza w’ 2015, ivyo bikaba vyavuye mu nama nshikiranganji yabaye ku magenekerezo ya 12 na 13 Munyonyo uno mwaka, mu gihe baharira bongera batora integuro y’amafaranga Reta izokoresha mu mwaka uza.  Reta y’Uburundi isigura ko ayo mafaranga yiyongereyeko bivanye n’uko muri uwo mwaka hazoba hariko hategurwa amatora, ayandi nayo akazoshigikira ibisata bitandukanye bisanzwe vyinjiza uburyo mu kigega ca Reta. Mw’itangazo yasohoye, Reta y’Uburundi imenyesha ko izokoresha yose hamwe amafaranga agera ku miriyaridi 1534,3 w’amafranga y’amarundi, harimwo n’imfashanyo. Ariko rero bamenyesha ko ayo mafaranga atazokwira kuko kuvyo bategekanya kuyakoresha haburako amafaranga agera ku miriyaridi 114,7 z’amarundi. Ivyo rero bikazotuma basaba ideni yaba mu mahanga canke mu Burundi, kugira bikunde Reta ishobore gufurira ico kinogo.  Reta y’Uburundi ikamenyesha ko izobandanya poritike yo gutubika umukanda. Poritike y’amafaranga izokorwa gukurikirana na cane cane impinduka zimwe zimwe, Reta yiyemeje gukora mu kugira ishobore kuronka uburyo, yongere iyakoreshe na cane cane mu bisata vyinjiza amafaranga. Ni muri iyo ntumbero ikigo gitoza amatagisi OBR ,kizonagerageza uko gishoboye kwose mu kurondera aho amatagisi ava na cane cane mu kurwanya urudandazwa rwa magendu, gukomeza poritike yo kwegeranya ibirarane hamwe no gushobora kuza barakurikirana neza ivyerekeye uturusho. Tubamenyeshe ko itegeko rigenga amafaranga Reta ikoresha ritegerezwa guca mu nama nshingamateka, hanyuma ryongere rice mu nama nkenguzamateka, mu nyuma rikabonwa kwemezwa n’umukuru w’igihugu.   Sources : Igihe Burundi
Breaking News : Uburundi bwateye umukono ku masezerano yo gufashanya na...
Reta y’Uburundi yateye umukono ku masezerano yo gufashanya hamwe na Reta ya Afrika y’epfo. Ayo masezerano ashiraho umurwi ugizwe n’impande zompi uzokurikirana ishirwa mu ngiro ry’ayo masezerano.
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ari kumwe na Jacob Zuma aramutswa Afrika y’Epfo Mu rugendo arimwo mu gihugu ca Afrika y’Epfo, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza hamwe na Jacob Zuma, umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo barakurikiranwe igikorwa co gutera umukono ku masezerano yo gufashanya hagati y’Uburundi na Afrika y’Epfo. Ayo masezerano yateweko umukono n’abashikiranganji b’imigenderanire n’ivyo bihugu vyompi, ico gikorwa kikaba cabereye i Cap Town, mu nyubakwa z’inama nshingamateka y’igihugu ca Afrika y’Epfo. Ivyo bihugu vyompi vyumvikanye gufashanya mu bijanye n’inkino n’imico kama.  Mu nama yahuje abarwizatunga b’abarundi n’abo muri Afrika y’Epfo, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yahamagariye abarwizatunga bo muri Afrika y’Epfo kuzana imitahe yabo mu Burundi, kuko ari igihugu gisigaye kirangwamwo amahoro, kandi corohereza abanyamitahe. Jacob Zuma, umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo yamenyesheje ko igihugu arongoye kizokwama hafi y’Uburundi mu bijanye n’uguhanahana ubumenyi.   Sources : Igihe
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibihuha ni vyinshi ku bagwaye ingwara ya coronavirus m’Uburundi
Kumbuga ngurukana bumenyi hariko haraca amakuru avuga ko m’Uburundi abagwayi bane boba bitavye Imana mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Bikavugwa kandi ko n’umukuru w’Inama nshingamateka nawene ari ku musego biturutse kur’iyo ngwara ya coronavirus yugarije isi yose.  Ayandi makuru nayo akavuga ko umupfasoni w’umukuru w’igihugu nawene yajanywe mu gihugu ca Kenya kwivuza iyo ngwara ibuza umuntu guhema harimwo n’ubushuhe. Abantu nabo bakaguma barungika ubutumwa ku mbuga ngurukana bumenyi bavuga imiti itandukanye yoshobora kuvura no gukinga iyo ngwara ya coronavirus. Ayo makuru rero akaba atarabeshuzwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu benshi bagiriza kutitaba kukamo baba batewe n’abagwayi bibonyeko ibimenyesto vya coronavirus. Inumero za telephone zatanzwe nyinshi zikaba zititaba. Ubwo bushikirangani bw’amagara y’abantu bukaba butaratanga inkuru zikwiye kurabo bagwayi bavugwa hamwe no kuriyo miti abantu bifashisha kugira bivure ingwara ya coronavirus.
Denise Nkurunziza yoba yajanwe muri Kenya kuvurwa Coronavirus
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba akandi yiteguriye gusohoka ku butegetsi, ariwe Denise Bucumi Nkurunziza, yajanwe mu gihugu ca Kenya inyuma yo kwandura umugera wa Coronavirus. Ibinyamakuru vya Kenya biremeza iyo nkuru ko Denise Nkurunziza yuriye indege ejo ku musi wa kane mwibanga ntangere ajanwe ku bitaro vyigenga biri muri kenya avurwe COVID-19. Ikinyamakuru kimwe kinavuga mbere ko nabakaozi bakorera ku kibuga c’indege ca Bujumbura batemerewe kwegera ku nyandiko za Bucumi Denise zo kuja muri Kenya.  Bikavurwa kandi ko yagiye ajanye n’aba garde-corps biwe batatu umwe muribo akaba yaranduye nawe uyo mugera wa Covid-19. Naho ayo makuru yagizwe ibanga ntangere, biraboneka ko ibinyamakuru vyo muri Kenya vyovyo vyaciye bibona icajanye Denise Bucumi mu gihugu ca Kenya ko ari ukwivuze Coronavirus. Umushiikiranganji Thadee Ndikumana naho yahakanye ko yagiye muri Kenya kwivuza Coronavirus ku wa 21 Rusama 2020, ibinyamakuru vya Kenya vyemeza ko yagiyeyo kwivuza Covid-19. Sources: 1. https://metropoltv.co.ke/2020/05/29/burundis-ex-first-lady-airlifted-to-kenya-after-contracting-covid-19/ 2. https://sonkonews.com/burundi-first-lady-airlifted-kenya-covid-19/ 3.https://citizentv.co.ke/news/burundi-first-lady-evacuated-to-kenya-after-contracting-covid-19-334094/
Abasenyeri bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020
Umugwi w’abasenyeri bo mu Burundi, CECAB, bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020.  CECAB ikabona ko naho amatora muri rusangi yabaye mu mutekano, hatabuze ibigenda nabi. CECAB iravuga ko hatabaye ugufata kumwe abakandida bahiganirwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu. “Turababajwe cane n’utunenge twinshi twabaye mu matora ku bijanye n’ubwigenge, umuco mu matora hamwe nukunganisha abahiganwe bose mu kubafata kumwe bitabaye”, niko Joachin Ntahondereye arongoye CECAB yamenyesheje. Ibindi abo basenyeri bavuga bitagenze neza mu matora ni uguhata abahagarariye amatora gusinya ku nzandiko za nyuma zivyavuye mu matora(proces verbaux, ugutora mu kibanza c’abapfuye hamwe n’impunzi hamwe no kuja gutorera abandi incuro nyinshi.  Ibindi umugwi w’abaseneyri uvuga ko bitagenze neza ni kuba hari abatora batoye incuro irenga imwe hamwe no kwirukana abari bahagarariye amatora bo mu mugambwe CNL nabandi hamwe no kubatera ubwoba bikozwe n’abategetsi batwara. Idini rya katolika mu Burundi rikaba ryari risanzwe rifitaniye umubano mubi na leta ya CNDD-FDD kuva mu matora yose yarenganye. Ubwo leta y’Uburundi iza kwishura gute kuri ibi birego vyashizwe ahabona na katolika?
#COVID-19: Umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye Coronavirus
Mu makuru ariko aca ku mbuga nguruakana bumenyi ataremezwa na leta y’Uburundi avuga ko umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye umugera wa Coronavirus. Mu makuru ashirwa ahabona n’ikinyamakuru SOS Media Burundi avuga ko umushikiramganji w’amagara y’Abantu, Thaddee Ndikumana, yoba yajanwe mu gihugu ca Kenya kugira avurwe mu buryo bwihuta kubera Coronavirus yoba yaranduye.  Aya makuru arahuye nayandi avugwa ko mu Burundi ubu hari abarwayi benshi ba Coronavirus naho leta y’Uburundi idashaka kubashira ahabona. Mu misi yahera harabaye iyirukanwa ry’abakozi bakorera Ishirahamwe ryitaho amagara y’Abantu mu Burundi,OMS, hakanavugwa ko hoba harabaye ukutabona kumwe kwa leta y’Uburundi ibijanye no kurwanya ikiza ca COVID-19 mu gihugu c’Uburundi. https://twitter.com/SOSMediasBDI/status/1265192155330547712?s=20 Abarundi baba mu gisagara ca Bujumbura na cane cane bobo barafise ubwoba cane kubera ico kiza bivugwa ko coba gikwiragiye mu bantu ariko kubera ibikoresho vyo gupima bidashika kuri bose ntibabimenye. Mu Burundi gushika ubu hamaze kwandura abantu COVID-19 bashika ku 42 mu barenga amajana atanu bamaze gupimwa mu gisagara ca Bujumbura gusa. Ariko rero , nta numwe mu Barundi baba mu gihugu hagati arigera apimwa umugera wa Coronavirus na cane abarundi baba ku mupaka uhana imbibe n’ibindi bihugu vyanduye cane nka Tanzania hamwe n’Uburundi.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibihuha ni vyinshi ku bagwaye ingwara ya coronavirus m’Uburundi
Kumbuga ngurukana bumenyi hariko haraca amakuru avuga ko m’Uburundi abagwayi bane boba bitavye Imana mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Bikavugwa kandi ko n’umukuru w’Inama nshingamateka nawene ari ku musego biturutse kur’iyo ngwara ya coronavirus yugarije isi yose.  Ayandi makuru nayo akavuga ko umupfasoni w’umukuru w’igihugu nawene yajanywe mu gihugu ca Kenya kwivuza iyo ngwara ibuza umuntu guhema harimwo n’ubushuhe. Abantu nabo bakaguma barungika ubutumwa ku mbuga ngurukana bumenyi bavuga imiti itandukanye yoshobora kuvura no gukinga iyo ngwara ya coronavirus. Ayo makuru rero akaba atarabeshuzwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu benshi bagiriza kutitaba kukamo baba batewe n’abagwayi bibonyeko ibimenyesto vya coronavirus. Inumero za telephone zatanzwe nyinshi zikaba zititaba. Ubwo bushikirangani bw’amagara y’abantu bukaba butaratanga inkuru zikwiye kurabo bagwayi bavugwa hamwe no kuriyo miti abantu bifashisha kugira bivure ingwara ya coronavirus.
Abapolisi ba Leta zunze ubumwe bw’Amerika barasaba imbabazi abenegihugu
Uko gusaba imbabazi kw’ibonekeje kur’uyu wa gatandatu aho abapolisi bo muri Let aya Miami bafukama imbere y’abanyagihugu bariko baragira imyiyerekano biyamiriza urupfu rwababaje abantu benshi kw’isi rw’umwirabure w’umunyamerika azwi kw’izina rya George Floyd yaba muri Leta ya Minneapolis.
Uwu mwirabure akaba yahagaritswe haraciye imisi itanu n’umupolisi w’umuzungu w’umunyamerika yitwa Derek Chauvin aca amufukama kw’izosi. Uwo mwirabura kubera yaraboshe amaboko aryamye hasi ntiyashoboye kwikurayo ariko yaguma akoma induru ati biranse ko mpema. Abariko barabibona baragerageje kubuza uwo muzungu w’umupolisi ariko vyabaye impfagusa kuko bagenzi b’uwo mupolisi b’abazungu babapolisi baranse kw’abantu batabara. Abo bariko barabibona baciye bafata amasanamu baca bayakwiza isi yose. Uyo mupolisi w’umuzungu akaba yavuye kur’uyo mw’irabure amaze guta ubwenge akaba yagiye gupfira mu modoka ya ruseha abaniha yari ije kumutwara kwa muganga. Ibisagara vyinshi vya Leta zunze ubumwe bwa Amerika bikaba biri mu myiyerekano vyiyamiriza ubwo bwicanyi bw’uyo mupolisi. Uyo mupolisi yabanje gukurwa mu kazi hamwe na bagenzi be ariko abanyagihugu bavuze ko ivyo bidakwiye akwiye guhagarikwa agacibwa urubanza, ivyaciye bikorwa ubwo nyene. Ishavu ry’amanyamerika babirabure n’abazungu rikaba ritarahera nubu imyiyerekano ikaba ibandanya naho hari ikiza c’ingwara corona virus kibangamiye ico gihugu kimaze kwica abanyamerika barenga 100.000.
Abari gusubirira  abari kuri Garde ku Mpimba basanze imfunguzo musi...
Mu kiganiro Ubushikiranganji bw’ubutungane buserukiwe n’icegera c’umushikiranganji w’Ubutungane bwahaye abamenyeshamakuru kuri uyu musi wa kabiri, bamenyesheje ko umushingamateka Hussein Radjabu atanyurujwe ahubwo yatorotse ibohero rya mpimba.
Muri ico kiganiro nyene Bigirimana asanzwe ari icegera c’umushikiranganji w’ubutungane yamenyesheje ko abari bacunze iryo bohera kuri uwo musi aribo bamufashije gutoroka kuko banasize ibohero rigaragara, abari kubasubirira kuri Garde bakaba bahavuye barindira ko babavyura barabura, uwikanguye kare niwe yasanze imfunguzo musi y’umuryango aho abo barinzi barara.
Yanagarutse ku mvo zari zamufunze aho amenyesha ko ari uguhungabanya umutekano w’igihugu c’Uburundi aho hakaba hari mu mwaka wa 2007 mu kwezi wa kwa kane amaze imyaka ibiri gusa asanzwe atwara umugambwe wa CNDD FDD mu nyuma yaho Igihugu c’Uburundi kironkeye  Petero nkurunziza nk’umukuru w’igihugu. Mwibuke ko uwahoze ari umushingamateka aserukira uburundi muri EAC aheruka kwandika amenyesha abagumyabanga hamwe n’abarundi bose ko bakwiye kugumya umutima kuko Hussein Radjabu yamaze gushika aho yategerezwa gushika ngo ararushe ariko amerewe neza, eka akaba yaranamenyesheje ko n’abo bari barikumwe bose bifashe neza.
Ntibisanzwe : Jacque bigirimana ariyamiriza umurwi wari wavuzwe ko uriko uraganira...
Uwusanzwe arongoye umugambwe FNL wemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ariwe Jacques Bigirima aramenyesha ko yamaze gushinga umurwi wo kuganira ku kibazo c’ugusubiza hamwe na Agathon Rwasa avuga ko ariwe agitwara umugambwe.  Bigirimana Akaba amenyesha ko Agathon Rwasa akwiye kuzoshinga umurwi nawe kugira bahure bayage, ivyo akaba abikoze ngo mu ntumbero yo kwubahiriza abanamarimwe bo bene umugambwe kuko ariko bamusavye. Akaba yamenyesheje ko umurwi wari wavuzwe ko uriko urayaga na Agathon utari wisunze amategeko.  Tubibutse ko haheruka gushikirizwa urwandiko ruvuga ko Agathon rwasa ariwe aramutswa uwo mugambwe. Ivyo bikaba vyari vyashikirijwe na Jacque Kenese yarasanzwe ari umunyamabanga w’uwo mugambwe FNL itwarwa na Jaques Bigirimana.
Ikiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza gikomejwe kwiyamirizwa ” Raba hano
Amashirahamwe arenga amajana atatu yo mu Burundi adaharanira inyungu za poritike, yatanguje urugamba rwo kwiyamiriza ikiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza.  Mu kiganiro ayo mashirahamwe yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, basaba ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza atohirahira ngo ahonyange ibwirizwa nshingiro hamwe n’amasezerano y’amahoro y’i Arusha mu kwitoza mu kiringo ca gatatu. Vital Nshimirimana umwe mu bavuze kw’izina ry’ayo mashirahamwe, akaba yasiguye ko umukuru w’igihugu ariko araheraheza ibiringo vyiwe ahabwa n’amategeko bibiri. Bamusaba ko atokwitoza mu kwubahiriza amategeko, ndetse no mu gukinga akajagari ko kwaduka. Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC akavuga ko ahubwo kugira umukuru w’igihugu akure impari mu bantu, yategerezwa kuba yamaze kuvuga ko atazitoza.  Bakamusaba ivyo, mu gihe abatari bake yaba abo mu migambwe, amashengero, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike hamwe no mu mugambwe avamwo nyene CNDD-FDD, hari bamwe bamaze kugaragaza ko badashaka ko asubira kwitoza ubwa gatatu. Aha tukavuga nk’umukenguzamateka Richard Nimbesha, umwe mu batanguje uwo mugambwe. Mukamenya ko umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza avuga ko hamwe umugambwe wiwe womutanga, atacobuza yitoza, hanyuma sentare ntahinyuzwa yonyene igaheza ikazoca urubanza. Ariko abo muri ayo mashirahamwe bakaba batizeye iyo sentare, mu gihe abayarongoye, bavuga ko bacibuka n’iyirukanwa ry’abashingamateka 22 ubutarariye mu nama nshingamateka , iyo sentare irorera. Bakabona ko iyo sentare atao itandukaniye n’izindi. SRC: Igihe
Havutse mu Burundi Urunani rushasha rw’imigambwe umunani itavuga rumwe n’ubutegetsi
Urwo urunani rwavutse kuri uno wagatanu ngo rukeneye ko bintu bihinduka rwitwa “RANAC”(Rassemblement National pour le Changement),imigambwe irurimwo ni FNL ya Rwasa Agathon, UPRONA ya Karori Nditije, FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye itwarwa na Minani , RADDES, PARIBU, PASIDE IMBONEZA, A.D.R na RADDEBU,ariko rero muri urwo runani bakemeza ko babandanya gukorera hamwe na ADC IKIBIRI.   Intonde z’abazoserukira urwo runani mu matora yose harimwo n’ay’umukuru w’igihugu ngo zizokorerwa hamwe mu migambwe yose irurimwo, urwo runani rukamenyesha ko ruzoshira imbere abakerebutse kandi bazwi n’abanyagihugu bazobaha amajwi.
Breaking News : Abishe bababikira batatu bamenyekanye
Inyuma y’ubwicanyi bwahitanye ababikira batatu b’abatariyanokazi bo kuri paruwasi ya Guido Maria Conforti Kamenge mu gisagara ca Bujumbura ku wa 7 Nyakanga, iradiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu yararonse inkuru y’ingene ubwo bwicanyi bwateguwe.
Général Adolphe Nshimirimana yavuzwe mu bwicanyi bw’ababikira batatu  Muri iyo nkuru dukesha insamirizi RPA, amwe mu mazina akaba yavuzwe n’umuntu avuga ko yakoreshejwe muri ubwo bwicanyi. Uwo munyagihugu aho ari mu kinyegero, avuga ko inama zibiri zagizwe mu gutegura ubwicanyi bwahitanye ababikira Olga Raschietti w’imyaka 83, Bernadette Boggia w’imyaka 79 na Lucia Pulici w’imyaka 75, izo nama nazo zikaba zabereye mu bunywero bita Iwabo n’abantu bwa Général Adolphe Nshimirimana. Uwo munyagihugu akavuga ko mu nama ya mbere yarimwo nawe, harimwo kandi n’abandi bantu nka Adolphe Nshimirimana yahora arongoye urwego rw’igendereza, umuporisi yitwa Ayubu, na Joseph Niyonziza batazira Kazungu, Guillaume Harushimana ajejwe ubutunzi mu kigo Centre Jeunes Kamenge n’abandi.  Nk’uko ayo makuru abandanya abivuga, abagirijwe n’uwo munyagihugu ko bafashije mu gutegura ubwo bwicanyi, bakaba babajijwe n’iyo radiyo. Nk’uko RPA ibivuga, uwahoze arongoye urwego rw’igendereza yagirijwe kuba yari mu bateguye ubwo bwicanyi, akaba yabariye iyo radiyo ko we yitabira ibikorwa vy’ukwubaka igihugu, ko boreka ubutungane bugakora.  Mukamenya ko kugeza n’ubu Ekereziya Gatorika ibandanya isaba ukuri ku bishe abo babikira. Ariko mw’ibohero rikuru rya Mpimba hakaba hapfungiweyo umusore azwi kw’izina rya Claude Christian Butoyi, uwo nawe abamuzi bakemeza ko agwaye mu mutwe.
Alexis Sinduhije yashizwe imbere mu guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu
Mw’ikoraniro kaminuza ry’umugambwe MSD ryabereye mu ntara ya Ngozi, Imvugakuri z’uwo mugambwe zatoye Alexis Sinduhije kugira abe ariwe azobaserukira mu matora y’umukuru w’igihugu.  Muri iryo koraniro, indongozi za MSD zikaba zavuze ko ata rugamba rw’indwano bazigera bagira mu gihugu, ata rugamba rw’inkoho bazogira, ariko ko urugamba rwa poritike n’ivyiyumviro arivyo bizoshirwa imbere, mu gutsinda abari mu mugambwe CNDD FDD. Inyuma y’iryo koraniro, mw’ijambo Alexis Sinduhije yarungitse, yariyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Ku bwiwe, hamwe umugambwe CNDD FDD wotanga Petero Nkurunziza kugira ahiganirwe ikibanza c’ukurongora igihugu, umukuru w’umugambwe MSD avuga ko bazoca bafata ko Petero Nkurunziza azoba agira afate igihugu ku nguvu, aho naho akavuga ko amategeko atawe abirekurira, mbere akemeza ko bazomurwanya bivuye inyuma.  Umukuru w’umugambwe MSD akaba avuze ivyo inyuma y’aho n’abari mu mashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike biyamirije ko Petero Nkurunziza atohirahira ngo yitoze ubwa gatatu, imvugo isanzwe ariyo iri no mu migambwe itavuga rumwe na Reta. N’umwe mu basenyeri ba Ekereziya Gatorika mu Burundi, Simoni Ntamwana akaba yarabivuze, tutibagiye na bamwe mu bagumyabanga ba CNDD FDD nabo bamaze kubishikiriza ko Umugumyabanga wabo Nkurunziza Petero, atokwitoza ubwa gatatu kuko ku bwabo, yoba akoze icaha c’ukubesha hamwe n’icukwiba, mu gihe yama ariko ahimbaza uko umwaka utashe ibikorwa vyiza yakorewe n’Imana.
Unviriza hano Ikiganiro c’Umukuru w’Igihugu yahaye abamenyeshamakuru hamwe n’abarundi bose.
Ikiganiro c’Umukuru w’Igihugu co kuwa 19 Kigarama 2014 – Igice ca mbere (Audio)
Umukuru w’igihugu ” Petero Nkurunziza ”  yongeye kuvuga aho ahagaze...
Umukuru w’igihugu cacu Petero NKURUNZIZA yatunganije ikiganiro kubanyagihugu biciye kumaradiyo akorera mu gihugu cacu no kumihora ya terefone.Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ati ingingo indwi (7) nizo zituma uyu mwaka aremesha ikiganiro biciye kumaradiyo ari mu gihugu,  izo nazo rero ni izi zikurikira :  1.Uburundi bwaraye bushitse ku ntambwe ikomeye cane kuko ikiringo ca BNUB cararangiye bisigura yuko amahoro atakiri agasesheshwa urumuri ; 2.Bashizeho umurwi ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira (Commission vérité et réconciliation ‘’CVR’’) ati n’intambwe ikomeye cane ; 3.Ati aranejerejwe cane n’ukuntu ingoma z’Uburundi zanditswe mu makungu kwari ubutunzi mpuzamakungu (Patrimoine mondial) ; 4.Ati igihugu cose kiri mu mahoro n’umutekano ; 5.Haciye ukwezi hatangujwe iyandikwa ry’abazotora kandi yuko mu mezi atanu ari mbere tuzokwitorera abaturongora ; 6.Ati uyu mwaka Uburundi n’ibwo bwari burongoye ingabo zagiye kugarukana amahoro muri SOMALIA (African Mission In Somalia ‘’AMISOM’’) ati igikorwa caranguwe mu mwaka umwe kikaba kingana n’ibikorwa vyaranguwe mu myaka itanu ;  7.Ati arashima ko uyu mwaka akwije imyaka mirongo itanu y’amavuko,ngo kubwiwe iyo myaka ikaba imwibutsa ibintu vyinshi m’ubuzima bw’iwe,ubw’umuryango n’ubw’igihugu. Mu vyabajijwe harimwo amatora yo mu mwaka uza n’uburyo ariko arategurwa. Amashirahamwe adaharanira inyungu za politike n’imigambwe itavuga rumwe na leta imaze gusaba ko ibizova mw’iyandikwa ry’abazokwitaba amatora bitohabwa agaciro kuko ngo vyabayemwo amahinyu menshi. Petero Nkurunziza yanabajijwe ko azokwitoza ubugira gatatu, yavuze ko ico kibazo amaze kucishura incuro cumi zose asubiramwo ivyo amaze kuvuga ko atariwe yigena ngo yitoze ariko ngo ni umugambwe wiwe ubikora. Umukuru w’igihugu yasavye ababivuga kurindira ico umugwi ujejwe amatora CENI uzoshikiriza kandi bawureke ukore ’ata gucibwa ivutu’’. CENI izobonana n’abo bose begwa n’amatora ku wa mbere uza. Petero NKURUNZIZA aragabisha uwo wese afise icifuzo cukugira imyiyerekano yiyamiriza amakosa yabonetse mw’ iyandikwa ry’abazotora muri 2015. Umukuru w’Igihugu yemeza ko amategeko agenga amatora atanahamwe handitswe ko uwufise icahinyuye asaba ko bihindurwa abanje kugira imyiyerekano. Hanabajijwe ikibazo c’umutekano inyuma y’aho havugiwe cane abantu bataziriwe ba ’’rugoti’’ bahungabanya umutekano. Bivugwa ko ari imisoresore yoba yavuye i Kiliba muri Congo aho yoba yaraherewe inyigisho za gisirikare. Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yahakanye ko ba rukoti batabaho ari ibihuha bijanye n’igihe c’amatora. SRC: Ingoma
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibihuha ni vyinshi ku bagwaye ingwara ya coronavirus m’Uburundi
Kumbuga ngurukana bumenyi hariko haraca amakuru avuga ko m’Uburundi abagwayi bane boba bitavye Imana mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Bikavugwa kandi ko n’umukuru w’Inama nshingamateka nawene ari ku musego biturutse kur’iyo ngwara ya coronavirus yugarije isi yose.  Ayandi makuru nayo akavuga ko umupfasoni w’umukuru w’igihugu nawene yajanywe mu gihugu ca Kenya kwivuza iyo ngwara ibuza umuntu guhema harimwo n’ubushuhe. Abantu nabo bakaguma barungika ubutumwa ku mbuga ngurukana bumenyi bavuga imiti itandukanye yoshobora kuvura no gukinga iyo ngwara ya coronavirus. Ayo makuru rero akaba atarabeshuzwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu benshi bagiriza kutitaba kukamo baba batewe n’abagwayi bibonyeko ibimenyesto vya coronavirus. Inumero za telephone zatanzwe nyinshi zikaba zititaba. Ubwo bushikirangani bw’amagara y’abantu bukaba butaratanga inkuru zikwiye kurabo bagwayi bavugwa hamwe no kuriyo miti abantu bifashisha kugira bivure ingwara ya coronavirus.
Denise Nkurunziza yoba yajanwe muri Kenya kuvurwa Coronavirus
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba akandi yiteguriye gusohoka ku butegetsi, ariwe Denise Bucumi Nkurunziza, yajanwe mu gihugu ca Kenya inyuma yo kwandura umugera wa Coronavirus. Ibinyamakuru vya Kenya biremeza iyo nkuru ko Denise Nkurunziza yuriye indege ejo ku musi wa kane mwibanga ntangere ajanwe ku bitaro vyigenga biri muri kenya avurwe COVID-19. Ikinyamakuru kimwe kinavuga mbere ko nabakaozi bakorera ku kibuga c’indege ca Bujumbura batemerewe kwegera ku nyandiko za Bucumi Denise zo kuja muri Kenya.  Bikavurwa kandi ko yagiye ajanye n’aba garde-corps biwe batatu umwe muribo akaba yaranduye nawe uyo mugera wa Covid-19. Naho ayo makuru yagizwe ibanga ntangere, biraboneka ko ibinyamakuru vyo muri Kenya vyovyo vyaciye bibona icajanye Denise Bucumi mu gihugu ca Kenya ko ari ukwivuze Coronavirus. Umushiikiranganji Thadee Ndikumana naho yahakanye ko yagiye muri Kenya kwivuza Coronavirus ku wa 21 Rusama 2020, ibinyamakuru vya Kenya vyemeza ko yagiyeyo kwivuza Covid-19. Sources: 1. https://metropoltv.co.ke/2020/05/29/burundis-ex-first-lady-airlifted-to-kenya-after-contracting-covid-19/ 2. https://sonkonews.com/burundi-first-lady-airlifted-kenya-covid-19/ 3.https://citizentv.co.ke/news/burundi-first-lady-evacuated-to-kenya-after-contracting-covid-19-334094/
Abasenyeri bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020
Umugwi w’abasenyeri bo mu Burundi, CECAB, bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020.  CECAB ikabona ko naho amatora muri rusangi yabaye mu mutekano, hatabuze ibigenda nabi. CECAB iravuga ko hatabaye ugufata kumwe abakandida bahiganirwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu. “Turababajwe cane n’utunenge twinshi twabaye mu matora ku bijanye n’ubwigenge, umuco mu matora hamwe nukunganisha abahiganwe bose mu kubafata kumwe bitabaye”, niko Joachin Ntahondereye arongoye CECAB yamenyesheje. Ibindi abo basenyeri bavuga bitagenze neza mu matora ni uguhata abahagarariye amatora gusinya ku nzandiko za nyuma zivyavuye mu matora(proces verbaux, ugutora mu kibanza c’abapfuye hamwe n’impunzi hamwe no kuja gutorera abandi incuro nyinshi.  Ibindi umugwi w’abaseneyri uvuga ko bitagenze neza ni kuba hari abatora batoye incuro irenga imwe hamwe no kwirukana abari bahagarariye amatora bo mu mugambwe CNL nabandi hamwe no kubatera ubwoba bikozwe n’abategetsi batwara. Idini rya katolika mu Burundi rikaba ryari risanzwe rifitaniye umubano mubi na leta ya CNDD-FDD kuva mu matora yose yarenganye. Ubwo leta y’Uburundi iza kwishura gute kuri ibi birego vyashizwe ahabona na katolika?
#COVID-19: Umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye Coronavirus
Mu makuru ariko aca ku mbuga nguruakana bumenyi ataremezwa na leta y’Uburundi avuga ko umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye umugera wa Coronavirus. Mu makuru ashirwa ahabona n’ikinyamakuru SOS Media Burundi avuga ko umushikiramganji w’amagara y’Abantu, Thaddee Ndikumana, yoba yajanwe mu gihugu ca Kenya kugira avurwe mu buryo bwihuta kubera Coronavirus yoba yaranduye.  Aya makuru arahuye nayandi avugwa ko mu Burundi ubu hari abarwayi benshi ba Coronavirus naho leta y’Uburundi idashaka kubashira ahabona. Mu misi yahera harabaye iyirukanwa ry’abakozi bakorera Ishirahamwe ryitaho amagara y’Abantu mu Burundi,OMS, hakanavugwa ko hoba harabaye ukutabona kumwe kwa leta y’Uburundi ibijanye no kurwanya ikiza ca COVID-19 mu gihugu c’Uburundi. https://twitter.com/SOSMediasBDI/status/1265192155330547712?s=20 Abarundi baba mu gisagara ca Bujumbura na cane cane bobo barafise ubwoba cane kubera ico kiza bivugwa ko coba gikwiragiye mu bantu ariko kubera ibikoresho vyo gupima bidashika kuri bose ntibabimenye. Mu Burundi gushika ubu hamaze kwandura abantu COVID-19 bashika ku 42 mu barenga amajana atanu bamaze gupimwa mu gisagara ca Bujumbura gusa. Ariko rero , nta numwe mu Barundi baba mu gihugu hagati arigera apimwa umugera wa Coronavirus na cane abarundi baba ku mupaka uhana imbibe n’ibindi bihugu vyanduye cane nka Tanzania hamwe n’Uburundi.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibihuha ni vyinshi ku bagwaye ingwara ya coronavirus m’Uburundi
Kumbuga ngurukana bumenyi hariko haraca amakuru avuga ko m’Uburundi abagwayi bane boba bitavye Imana mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Bikavugwa kandi ko n’umukuru w’Inama nshingamateka nawene ari ku musego biturutse kur’iyo ngwara ya coronavirus yugarije isi yose.  Ayandi makuru nayo akavuga ko umupfasoni w’umukuru w’igihugu nawene yajanywe mu gihugu ca Kenya kwivuza iyo ngwara ibuza umuntu guhema harimwo n’ubushuhe. Abantu nabo bakaguma barungika ubutumwa ku mbuga ngurukana bumenyi bavuga imiti itandukanye yoshobora kuvura no gukinga iyo ngwara ya coronavirus. Ayo makuru rero akaba atarabeshuzwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu benshi bagiriza kutitaba kukamo baba batewe n’abagwayi bibonyeko ibimenyesto vya coronavirus. Inumero za telephone zatanzwe nyinshi zikaba zititaba. Ubwo bushikirangani bw’amagara y’abantu bukaba butaratanga inkuru zikwiye kurabo bagwayi bavugwa hamwe no kuriyo miti abantu bifashisha kugira bivure ingwara ya coronavirus.
Abapolisi ba Leta zunze ubumwe bw’Amerika barasaba imbabazi abenegihugu
Uko gusaba imbabazi kw’ibonekeje kur’uyu wa gatandatu aho abapolisi bo muri Let aya Miami bafukama imbere y’abanyagihugu bariko baragira imyiyerekano biyamiriza urupfu rwababaje abantu benshi kw’isi rw’umwirabure w’umunyamerika azwi kw’izina rya George Floyd yaba muri Leta ya Minneapolis.
Uwu mwirabure akaba yahagaritswe haraciye imisi itanu n’umupolisi w’umuzungu w’umunyamerika yitwa Derek Chauvin aca amufukama kw’izosi. Uwo mwirabura kubera yaraboshe amaboko aryamye hasi ntiyashoboye kwikurayo ariko yaguma akoma induru ati biranse ko mpema. Abariko barabibona baragerageje kubuza uwo muzungu w’umupolisi ariko vyabaye impfagusa kuko bagenzi b’uwo mupolisi b’abazungu babapolisi baranse kw’abantu batabara. Abo bariko barabibona baciye bafata amasanamu baca bayakwiza isi yose. Uyo mupolisi w’umuzungu akaba yavuye kur’uyo mw’irabure amaze guta ubwenge akaba yagiye gupfira mu modoka ya ruseha abaniha yari ije kumutwara kwa muganga. Ibisagara vyinshi vya Leta zunze ubumwe bwa Amerika bikaba biri mu myiyerekano vyiyamiriza ubwo bwicanyi bw’uyo mupolisi. Uyo mupolisi yabanje gukurwa mu kazi hamwe na bagenzi be ariko abanyagihugu bavuze ko ivyo bidakwiye akwiye guhagarikwa agacibwa urubanza, ivyaciye bikorwa ubwo nyene. Ishavu ry’amanyamerika babirabure n’abazungu rikaba ritarahera nubu imyiyerekano ikaba ibandanya naho hari ikiza c’ingwara corona virus kibangamiye ico gihugu kimaze kwica abanyamerika barenga 100.000.
Ibomborabombora mu mugambwe UPRONA
Mu gihe hasigaye ukwezi kumwe ngo amatora y’Umukuru w’igihugu abe, mu mugambwe UPRONA ibintu ntivyoroshe. Kur’uyu wa gatandatu, umudasigana Isidore Mbayahaga, asanzwe aziko ari umupasitori, yarakoranije inama muri zone Musaga arikumwe n’abo badacana uwaka n’umukuru w’umugambwe UPRONA, Abel Gashatsi, n’icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo, awuruturukamwo.  Mur’iyo nama, Isidore Mbayahaga, akaba yagiriza Gaston Sindimwo na Abel Gashatsi kuba bariko baragurisha ingoro z’umugambwe, aha akavuga ingoro y’umugambwe UPRONA ziri muri zone Buyenzi na Nyakabiga, itongo riri mu gisagara ca Ngozi no mu Rumonge, hamwe n’igice c’iparasera kiri ku Mugumya ahari ingoro nkuru y’umugambwe UPRONA. Isidore Mbayagaha amenyesha kandi ko inzego z’umugambwe UPRONA zitwara muri kino gihe zahajeje ikiringo cayo kuva mu kwezi kw’icenda umwaka 2019, ko rero atabubasha zifise muri kino gihe. Kur’ivyo vyose Isidore Mbayahaga yaciye amenyesha ko abadasigana barikumwe batemera ukwitoza kwa Gaston Sindimwo mu kibanza c’Umukuru w’igihugu aserukira umugambwe UPRONA. Niho rero kuca amenyesha ko we nabo barikumwe bazotora umukandida w’umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FFD ari we Evariste Ndayishimiye. Mu kiganiro yaciye atunganya bukeye, umukuru w’umugambwe UPRONA, Abel Gashatsi, yameneysheje ko Isidore Mbayahaga atari mu nzego n’imwe z’umugambwe UPRONA ko amakomité yose yagiyemwo yagiye arasiba inama nka zose. Nayo ngo kuvyerekeye amatongo y’umugambwe UPRONA yagurishijwe, Abel Gashatsi avuga ko ingingo zose zifatwa zibanza kumvikanako na komité exécutif y’umugambwe kandi ko hubatswe ibirasi bininiya Kumugumya. Ngo nayo gushigikira umukandida w’umugambwe CNDD-FDD ngo n’uburenganzira bwabo. Abel Gashatsi asaba abarongoye intwaro n’igipolisi ko batosubira kwemerera inama nkizo zituma amatora atazogenda neza.
Abarundi bari hanze y’igihugu ntibazoshobora gutora
Mw’itangazo ryasohowe n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Ezéchiel Nibigira, kur’uyu wa gatatu, yamenyesheje ko abarundi baba hanze y’Uburundi batazoshobora gutora mu matora yimirije azotangura itariki 20 Rusama 2020.   Igituma uwu mushikiranganji yatanze nuko havugwa cane ingwara ya coronavirus mu bihugu nka vyose vyo kwisi. Ivyo rero ngo bigatuma bitazokworehera abarundi kuja muri yamazu y’ubuserukizi y’Uburundi bita ambassades kugira bashobore gutora. Iryo kete ry’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu rikaba ryashikirijwe abaserukira Uburundi bose muyandi makungu. Mbega mwebwe muba hanze iyo ngingo muyibona gute ? Mubona mwoshobora gutora mubigenjeje gute nk’umurundi ?
Abirabure bariko barafatwa nabi mu gihugu ca Chine mugisagara ca Guanzou
Ivyo vyatanguye igihe abirabure batari bake baturuka mu gihugu ca Nigeria batorwako ingwara coronavirus. Iyo ngwara ikaba yatanguye kuvurwa murico gihugu nyene c’Ubuchinwa mu gisagara ca Wuhan. Ikaba yaciye ikwira isi nubu ikaba iriko iratikiza inganda, Ubuchinwa bukaba bwaragerageje kuyigwanya ikaba yariko irahera, nihu kuza kandi bayitora kurabo birabure mur’iyi ndwi itanguye.   Abirabure baba murico gisagara bava mu bihugu bitandukanye bakaba barafashwe nabi barasohorwa mu mazu yabo barakwa n’impapuro z’inzira, abo bachinwa bakababwira ko bashobora kubirukana bose no kubapima bose kunguvu. Ivyo bikaba vyateye ishavu ibihugu vyo muri Afrika bitari bike aho vyaciye vyandikira abaserukira ubuchinwa muri vyo bihugu babasaba kwisigura kuriyo nyifato. Igihugu ca Afrika Yepfo kikabona ko iyo nyifato ihushanye n’imigenderanire myiza yari hagati y’Ubuchinwa n’ibihugu vy’Afrika kuva Ubuchinwa burwanya ubukoroni muri Afrika hamwe n’ishingwa ryo gufashanya hagati ya Afrika n’Ubuchinwa. Ivyo rero bikaba vyatumye abenegihugu b’ibihugu vya Afrika bataraba ryiza abachinwa bagiye gukorera mur’ivyo bihugu mbere n’umutekano wabo ugashobora guhungabana nkuko tuvyumva mu gihugu ca Kenya ariko Leta y’Ubuchinwa ikaba yasutsemwo amazi mabisi mukumenyesha ko igiye gufata neza abirababure bari muri ico gisagara ca Guanzou.
Hoba haruwumaze guhitanwa n’umugera covid-19 m’Uburundi ?
Amakuru menshi yarakwiragijwe ku mbuga ngurukana bumenyi kur’uyu w’Imana ko hari umugwayi umwe m’Uburundi yahitanwe na cakiza coronavirus kibangamiye isi. Uwo nawe akaba mw’itangazo ry’umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA, muganga Thaddée Ndikumana, akaba yamenyesheje ko agwariye mu bitaro Kira Hospital.  Ariko gushika ubu yaba umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA yaba uwurongoye uwurongoye ibitaro Kira Hospital ntanumwe aremeza canke ngo ahakane iya makuru. Abanyamakuru bakorera amaradiyo yo hanze nka RFI canke abadaharanira inyungu za politike bahungiye hanze y’igihugu bobo bakaba bamaze kwemeza iyo nkuru. Ico bikora gushika kur’uyu wa mbere itariki 13 ndamukiza ntawuramenya inkuru y’imvaho mugihe bamwe babona ko iyo ngwara ibangamiye isi mbere igahagarika n’imirimo nka yose yamaze gufata intumbero ya politike mu gihe Uburundi bwimirije ibihe bikomeye vy’amatora y’Umukuru w’igihugu, hakaba hasigaye ukwezi kumwe gusa ngo ayo matora atangure.
Reverien Ndikuriyo avuga ko ibitoro bihinguye bitagabanutse ibiciro
Mu nama yariko arakoreshe abarongoye abandi ku mitumba mu ntara ya Muyinga kur’uyu wa kane, Reverien Ndikuriyo, umukuru w’Inama Nkenguzamateka, yamenyesheje ko ibitoro bitarahingurwa bita brut arivyo vyakorotse igiciro. Ati ariko ibitoro bimaze guhingurwa bivamwo za essence, mazout na petrole bikaba bikiri kugiciro vyahorana imbere yuko hatera ingwara ya coronavirus yatumye imirimo ihagarara mu bihugu vyinshi vya Burayi Amerika Asia na Afrika.  Aho ni mugihe abo yariko aragirisha inama bamubajije igituma ibiciro vy’ibitoro bitagabanuka mu gihe akagunguru bita baril kajamwo ibitoro igiciro cagabanutse cane ibice 50 kw’ijana. Abo batwara abandi ku mitumba mu ntara ya Muyinga bakavuga ko mugihe ivyo biciro biduze abarangura igitoro baca baduza ubwo nyene igiciro bigatuma ibindi bidandazwa biduga igiciro. Aba batwara abandi ku mitumba bakavuga ko ico gitoro co kugiciro gito ubu camaze gushika i Burundi ko rero Leta nayo yogira akigoro mu gutezurira abenegihugu.
Ni kuki ibiciro vy’ibifungurwa biguma biduga kandi umwimbu ari mwiza ?
Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri umushikiranganji Deo Guide Rurema avuga ko umwimbu w’ibigori wavuye ku matoni ibihumbi 139 211 mu mwaka wa 2015 uja ku matoni ibihumbi 890 162 mu mwaka wa 2020. Umuceri wavuye ku matoni ibihumbi 55 952 mu mwaka wa 2015 uja ku matoni ibihumbi 300 000. Ibiraya vyavuye ku matoni ibihumbi 55 686 mu mwaka wa 2015 uja ku matoni ibihumbi 134 340 mu 2020. Nayo ibiharage vyavuye ku matoni ibihumbi 90 218 bija ku matoni ibihumbi 146 903 n’ibice 3 mu mwaka w’ 2020.  Ugereranije imyimbu hagati y’umwaka wa 2015 na 2020, Rurema asigura ko umwimbu w’ibigori kw’ihegitari imwe wavuye ku matoni 0,8268 uja ku matoni 3. Umuceri wavuye ku matoni 5,529 uja ku matoni 6, 45. Ibiraya vyavuye ku matoni 6, 607 bija ku matoni 15, 32. Nayo ibiharage vyavuye kw’itoni 0,6782 bija kw’itoni 1,150. Umushikiranganji Rurema asigura kandi ko umwimbu wiyongereye ku biterwa vy’umuceri n’ibigori bivuye ku bikorwa vyo gutunganya neza imyonga hamwe n’umwaka w’uburimyi. Rurema Déo-Guide umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi yamenyesheje ko umwimbu w’ibiterwa mbumbarugo wifashe neza mu gihugu cose kandi ko ubu ata bantu bahunga igihugu kubera inzara nk’uko vyibonekeje mu myaka ya 2002 na 2016, aho inzara yabica bigacika. Uwo mushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi amenyesha ko ku gatasi hibonekeje umwimbu ushimishije ugereranije no mu mwaka wa 2019 ku biterwa vy’ibiraya, ibigori n’umuceri. Rurema avuga ko amakoperative ya Sangwe yo mu ntara ya Cibitoke, amakoperative y’abarimyi bo mu makomine ya Mwakiro na Buhinyuza n’uwigenga wo mu ntara ya Muyinga ari bo bimbuye ibigori vyinshi. Ku muceri, amakoperative yo mu ntara za Cibitoke, Kayanza na Muyinga ni yo yaronse umwimbu mwinshi. Nayo ku giterwa c’ikiraya, amakoperative hamwe n’abigenga bo mu ntara za Mwaro na Kayanza ni bo baza imbere. Deo Guide Rurema avuga ko mu ntumbero yo kwongereza umwimbu no gufungurira abenegihugu imfungurwa ngirakamaro, hatejwe imbere bimwe mu bifasha mu ngaburo nk’ibizinu, ivyamwa, imboga, inyama, amata n’amagi. Asaba abanyagihugu kubifungura kugira bahindure kamere ko gufungura. Umushikiranganji Rurema avuga ko ivyamwa bimwe bimwe bitavura ingwara ya coronavirus nk’uko bamwe babivuga ariko ko bifasha umuntu kugira amagara meza. Deo Guide umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi ahamagarira abanyagihugu gukoresha neza umwimbu baronse muri iki gihe amakungu yose arajwe ishinga n’ikiza ca Coronavirus. N’ayo ku badandaza bikika mu kiza bakaduza ibiciro vy’ibifungurwa, Rurema avuga ko ico kibazo azogishikiriza umushikiranganji bw’ubudandaji kugira bafatirwe ingingo ruhasha. Ubushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi buhamagarira abanyagihugu gukurikiza impanuro zijanye no kugira isuku bahabwa n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu kugira ikiza ca coronavirus ntikibandanye gukwiragira igihugu cose. Ariko kumbuga ngurukana bumenyi abasumyi baribaza igituma ibiciro vy’ibifungurwa biguma biduga kandi umwimbu ari mwinshi.
Igiciro c’igitoro caragabanutse cane kumasoko mpuzamakungu, hoba hariho akunguko k’Uburundi
Ibiciro vy’akagunguru k’ibitoro kagiye karakorora ibeyi kw’isoko mpuzamakungu aho akavuye kumadorari y’abanyamerika 63,6 $ mu kwezi kwambere 2020 kakaba kageze kuri 26,11$ kur’uyu wambere igenekerezo rya 6/4/2020. Aho ni kuva ikiza COVID19 cadutse mu gihigu c’ubushinwa muri kigarama 2019 hanyuma kigakwira isi yose.  Mubisanzwe iyo akagunguru k’igitoro (Baril) kaduze kw’isoko mpuzamakungu, leta y’uburundi yaca iduza igiciro c’igitoro kw’iritiro ivugako arico cabitumye, abakora mu gisata co gutwara abantu n’ibintu hamwe n’abanywesha igitoro bobo gushika ubu ntibarigera bamenyako igiciro caco cakorotse kuriryo soko ngo batezurirwe Muri kino gihe igiciro c’igitoro muma sitasiyo y’igitoro mu Burundi nka bwose kikaba kikigurwa amafaranga yegereye 2400FBu mugihe kw’isoko mpuzamakungu cakorotse kurugero rurenga 50%. Ivyo vyatumwe n’uko ibihugu vyinshi vyasavye abantu kuguma mumazu yabo, ingendo zigahagarara, ibihugu vyacimbuye bikabura isoko. Aho bikaba vyumvikana ko mu Burundi igiciro c’igitoro kw’iritiro categerezwa kutarenza 1200FBu abaye menshi ndetse n’ibiciro vyo kwiyunguruza bikagabanuka cane narirya igitoro ari kimwe mu bidandazwa uwukiranguye yemerwa kurengana mu bihugu vyose cokimwe n’ibifungurwa.
Imyaka 26 irarangiye Président Cypriano Ntaryamira agandaguwe
Kur’uyu wa mbere itariki 6 ndamukiza 2020 niho abarundi bibuka Umukuru w’igihugu Cypriano Ntaryamira aho yaguye mu ndege yari imureruye na mugenzi we w’Urwanda Juvenal Havyarimana. Iyo ndege ikaba yakoroste irashwe ibisasu bavuga ko vyoba ari bibiri vyo mu bwoko bwa misile. Iyo ndege ikaba yarigeze hejuru y’umuji wa Kigali mbere ikaba yaguye aho hariko iramanukira ku kibuga c’indege c’ikanombe ahari n’ikirimba c’umukuru w’igihugu Juvenal Havyarimana.   Président Cypriano Ntaryamira akaba yari yasubiriye Président Melchior Ndadaye yarahejeje kugandagurwa nawe itariki 21 z’ukwezi kwa cumi 1993. Mu Burundi ntahonyabwoko ryaciye ryaduka ariko mu Rwanda ibintu vyaracitse kuko haciye haduka abantu bahamagarira guhonya abandi ihonyabwoko rica riraduka amakungu asigara abara inkuru. Ariko m’Uburundi amagume yari yamaze kwaduka igihe hagandaguriwe Président Melchior Ndadaye. Abantu benshi rero baribaza uwakoroye iyo ndege n’intumbero yarafise. Bamwe bakavuga ko ari intagondwa z’abanyarwanda baribegereye ubutegesti bwa Président Juvénal Havyarimana bakoroye iyo ndege kugira bamubuze guterako umukono amasezerano y’I Arusha yariko araharigwako n’ubutegesti bw’Urwanda n’abariko barabagwanya aribo umuhari FPR, abandi nabo bakavuga ko aruwo muhari FPR wakoroye iyo ndege kugira ntusangire ubutegesti n’abo vyagwana. Iryo honyabwoko rikaba ryatwaye abantu bashika umuriyoni w’abanyarwanda. Président Cypriono Ntaryamira benshi bakaba bamwibukira kwijambo yashikirije igihe yariko arimikwa aho yashaka kugarukana discipline mu bisata vyose vy’igihugu.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibihuha ni vyinshi ku bagwaye ingwara ya coronavirus m’Uburundi
Kumbuga ngurukana bumenyi hariko haraca amakuru avuga ko m’Uburundi abagwayi bane boba bitavye Imana mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Bikavugwa kandi ko n’umukuru w’Inama nshingamateka nawene ari ku musego biturutse kur’iyo ngwara ya coronavirus yugarije isi yose.  Ayandi makuru nayo akavuga ko umupfasoni w’umukuru w’igihugu nawene yajanywe mu gihugu ca Kenya kwivuza iyo ngwara ibuza umuntu guhema harimwo n’ubushuhe. Abantu nabo bakaguma barungika ubutumwa ku mbuga ngurukana bumenyi bavuga imiti itandukanye yoshobora kuvura no gukinga iyo ngwara ya coronavirus. Ayo makuru rero akaba atarabeshuzwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu benshi bagiriza kutitaba kukamo baba batewe n’abagwayi bibonyeko ibimenyesto vya coronavirus. Inumero za telephone zatanzwe nyinshi zikaba zititaba. Ubwo bushikirangani bw’amagara y’abantu bukaba butaratanga inkuru zikwiye kurabo bagwayi bavugwa hamwe no kuriyo miti abantu bifashisha kugira bivure ingwara ya coronavirus.
Denise Nkurunziza yoba yajanwe muri Kenya kuvurwa Coronavirus
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba akandi yiteguriye gusohoka ku butegetsi, ariwe Denise Bucumi Nkurunziza, yajanwe mu gihugu ca Kenya inyuma yo kwandura umugera wa Coronavirus. Ibinyamakuru vya Kenya biremeza iyo nkuru ko Denise Nkurunziza yuriye indege ejo ku musi wa kane mwibanga ntangere ajanwe ku bitaro vyigenga biri muri kenya avurwe COVID-19. Ikinyamakuru kimwe kinavuga mbere ko nabakaozi bakorera ku kibuga c’indege ca Bujumbura batemerewe kwegera ku nyandiko za Bucumi Denise zo kuja muri Kenya.  Bikavurwa kandi ko yagiye ajanye n’aba garde-corps biwe batatu umwe muribo akaba yaranduye nawe uyo mugera wa Covid-19. Naho ayo makuru yagizwe ibanga ntangere, biraboneka ko ibinyamakuru vyo muri Kenya vyovyo vyaciye bibona icajanye Denise Bucumi mu gihugu ca Kenya ko ari ukwivuze Coronavirus. Umushiikiranganji Thadee Ndikumana naho yahakanye ko yagiye muri Kenya kwivuza Coronavirus ku wa 21 Rusama 2020, ibinyamakuru vya Kenya vyemeza ko yagiyeyo kwivuza Covid-19. Sources: 1. https://metropoltv.co.ke/2020/05/29/burundis-ex-first-lady-airlifted-to-kenya-after-contracting-covid-19/ 2. https://sonkonews.com/burundi-first-lady-airlifted-kenya-covid-19/ 3.https://citizentv.co.ke/news/burundi-first-lady-evacuated-to-kenya-after-contracting-covid-19-334094/
Abasenyeri bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020
Umugwi w’abasenyeri bo mu Burundi, CECAB, bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020.  CECAB ikabona ko naho amatora muri rusangi yabaye mu mutekano, hatabuze ibigenda nabi. CECAB iravuga ko hatabaye ugufata kumwe abakandida bahiganirwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu. “Turababajwe cane n’utunenge twinshi twabaye mu matora ku bijanye n’ubwigenge, umuco mu matora hamwe nukunganisha abahiganwe bose mu kubafata kumwe bitabaye”, niko Joachin Ntahondereye arongoye CECAB yamenyesheje. Ibindi abo basenyeri bavuga bitagenze neza mu matora ni uguhata abahagarariye amatora gusinya ku nzandiko za nyuma zivyavuye mu matora(proces verbaux, ugutora mu kibanza c’abapfuye hamwe n’impunzi hamwe no kuja gutorera abandi incuro nyinshi.  Ibindi umugwi w’abaseneyri uvuga ko bitagenze neza ni kuba hari abatora batoye incuro irenga imwe hamwe no kwirukana abari bahagarariye amatora bo mu mugambwe CNL nabandi hamwe no kubatera ubwoba bikozwe n’abategetsi batwara. Idini rya katolika mu Burundi rikaba ryari risanzwe rifitaniye umubano mubi na leta ya CNDD-FDD kuva mu matora yose yarenganye. Ubwo leta y’Uburundi iza kwishura gute kuri ibi birego vyashizwe ahabona na katolika?
#COVID-19: Umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye Coronavirus
Mu makuru ariko aca ku mbuga nguruakana bumenyi ataremezwa na leta y’Uburundi avuga ko umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye umugera wa Coronavirus. Mu makuru ashirwa ahabona n’ikinyamakuru SOS Media Burundi avuga ko umushikiramganji w’amagara y’Abantu, Thaddee Ndikumana, yoba yajanwe mu gihugu ca Kenya kugira avurwe mu buryo bwihuta kubera Coronavirus yoba yaranduye.  Aya makuru arahuye nayandi avugwa ko mu Burundi ubu hari abarwayi benshi ba Coronavirus naho leta y’Uburundi idashaka kubashira ahabona. Mu misi yahera harabaye iyirukanwa ry’abakozi bakorera Ishirahamwe ryitaho amagara y’Abantu mu Burundi,OMS, hakanavugwa ko hoba harabaye ukutabona kumwe kwa leta y’Uburundi ibijanye no kurwanya ikiza ca COVID-19 mu gihugu c’Uburundi. https://twitter.com/SOSMediasBDI/status/1265192155330547712?s=20 Abarundi baba mu gisagara ca Bujumbura na cane cane bobo barafise ubwoba cane kubera ico kiza bivugwa ko coba gikwiragiye mu bantu ariko kubera ibikoresho vyo gupima bidashika kuri bose ntibabimenye. Mu Burundi gushika ubu hamaze kwandura abantu COVID-19 bashika ku 42 mu barenga amajana atanu bamaze gupimwa mu gisagara ca Bujumbura gusa. Ariko rero , nta numwe mu Barundi baba mu gihugu hagati arigera apimwa umugera wa Coronavirus na cane abarundi baba ku mupaka uhana imbibe n’ibindi bihugu vyanduye cane nka Tanzania hamwe n’Uburundi.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibihuha ni vyinshi ku bagwaye ingwara ya coronavirus m’Uburundi
Kumbuga ngurukana bumenyi hariko haraca amakuru avuga ko m’Uburundi abagwayi bane boba bitavye Imana mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Bikavugwa kandi ko n’umukuru w’Inama nshingamateka nawene ari ku musego biturutse kur’iyo ngwara ya coronavirus yugarije isi yose.  Ayandi makuru nayo akavuga ko umupfasoni w’umukuru w’igihugu nawene yajanywe mu gihugu ca Kenya kwivuza iyo ngwara ibuza umuntu guhema harimwo n’ubushuhe. Abantu nabo bakaguma barungika ubutumwa ku mbuga ngurukana bumenyi bavuga imiti itandukanye yoshobora kuvura no gukinga iyo ngwara ya coronavirus. Ayo makuru rero akaba atarabeshuzwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu benshi bagiriza kutitaba kukamo baba batewe n’abagwayi bibonyeko ibimenyesto vya coronavirus. Inumero za telephone zatanzwe nyinshi zikaba zititaba. Ubwo bushikirangani bw’amagara y’abantu bukaba butaratanga inkuru zikwiye kurabo bagwayi bavugwa hamwe no kuriyo miti abantu bifashisha kugira bivure ingwara ya coronavirus.
Abapolisi ba Leta zunze ubumwe bw’Amerika barasaba imbabazi abenegihugu
Uko gusaba imbabazi kw’ibonekeje kur’uyu wa gatandatu aho abapolisi bo muri Let aya Miami bafukama imbere y’abanyagihugu bariko baragira imyiyerekano biyamiriza urupfu rwababaje abantu benshi kw’isi rw’umwirabure w’umunyamerika azwi kw’izina rya George Floyd yaba muri Leta ya Minneapolis.
Uwu mwirabure akaba yahagaritswe haraciye imisi itanu n’umupolisi w’umuzungu w’umunyamerika yitwa Derek Chauvin aca amufukama kw’izosi. Uwo mwirabura kubera yaraboshe amaboko aryamye hasi ntiyashoboye kwikurayo ariko yaguma akoma induru ati biranse ko mpema. Abariko barabibona baragerageje kubuza uwo muzungu w’umupolisi ariko vyabaye impfagusa kuko bagenzi b’uwo mupolisi b’abazungu babapolisi baranse kw’abantu batabara. Abo bariko barabibona baciye bafata amasanamu baca bayakwiza isi yose. Uyo mupolisi w’umuzungu akaba yavuye kur’uyo mw’irabure amaze guta ubwenge akaba yagiye gupfira mu modoka ya ruseha abaniha yari ije kumutwara kwa muganga. Ibisagara vyinshi vya Leta zunze ubumwe bwa Amerika bikaba biri mu myiyerekano vyiyamiriza ubwo bwicanyi bw’uyo mupolisi. Uyo mupolisi yabanje gukurwa mu kazi hamwe na bagenzi be ariko abanyagihugu bavuze ko ivyo bidakwiye akwiye guhagarikwa agacibwa urubanza, ivyaciye bikorwa ubwo nyene. Ishavu ry’amanyamerika babirabure n’abazungu rikaba ritarahera nubu imyiyerekano ikaba ibandanya naho hari ikiza c’ingwara corona virus kibangamiye ico gihugu kimaze kwica abanyamerika barenga 100.000.
Iperereza niryo ryahatswe guhekura Rwasa Agathon atwara urunani RANAC
Rwasa agathon aragiriza iperereza ko riri mu bahatswe kumugandagurira umutambukanyi iyo Imana idakinga aho hari ku musi wa mungu igenekerezo rya 16 ntwarante muri Quartier Asiatique aho umutambukanyi wiwe yariko arakoresha imishatsi. Nkuko yabandanije abimenyesha ngo umufasha wiwe nta numwe yigera apfa ikintu nawe eka ngo no kuri ngendanwa nta na rimwe aramwumva ashwana. Muri ico kiganiro nyene yamenyeshe ko aba police bari mu bamufashije kugira uwashatse kumuhekura ntashobore gufatwa kuko s’umusuma ngo n’ikimenyamenya nuko yari mu modoka ya Jeep Prado kandi ngo n’abashaka kumufata aba Police bari hagufi barikumwe n’iyo modoka baciye barasa. Nkuko amakuru dukesha insamirizi y’abanyagihugu ngo hari n’aba police batari bazi ibiriko biraba bashatse guhagarika uwo mwicanyi ariko bikaba bitakunze ahubwo nibo bahatswe kuhasiga ubuzima. Eka n’uwundi mu police yari yambaye impuzu zisanzwe yamenyesheje iyo nsamirizi ko bari kumufata iyo batamukingira ikibaba. Rwasa amenyesha ko bihenda mu kumuburabuza kuko ngo Ubuzima ari ubw’Imana ngo no muri 2010 yabaciye mu myanya y’intoke bari bashaka kumugandagura, akamenyesha ko atabihevye kandi nubu adahema areka naho bogira iki. Akamenyesha kandi ko azi ko hari abantu bashizweho bashaka kumugandagura aho akavugamwo nk’ama Somalien bariko bigishiriza abashaka kumugandagurana n’abandi bantu mu Rukoko,mu kibiri hamwe no muri Congo mu Kibira Ondes. Nayo Rwasa agathon akaba yamenyesheje ko abavurwa ko bashaka kugandaguranwa nawe ari nka Leonce ngendakumana, Guillaume wo muri CNDD yo kwa Nyangoma, Vital Nshimirimana atwara Forsc, Bob rugurika umurongozi wa RPA, Margueritte Barankitse atwara Maison Shalom. Mwibuke ko ivyo bibaye inyuma yaho umutambukanyi wa General Godefroid Niyombare yahatswe kugandagurwa
Umukuru w’inama nkuru y’inararibonye za CNDD FDD Pr. Pierre Nkurunziza ntiyerekwa...
Ivyo umuvugizi wa CNDD FDD yashikirije ku bamenyeshamakuru vyamutumye umukuru w’igihugu c’Uburundi amuraba nk’umwansi, ivyo bikaba vyabonekeye mu nama rukokoma y’umugambwe yahuje 11 mu bagize inama nkuru y’inararibonye muri CNDD FDD hamwe na 11 bari mu nzego nkuru z’uwo mugambwe. Muri iyo Nama ngo hariko hirwa ibibazo bikomakomeye harimwo ikibazo c’ugusubira kwitoza ubugira gatatu kw’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, hamwe n’ikibazo c’intonde z’abashingamateka.  Imbere yuko ivyo vyirwa umukuru w’iguhugu c’Uburundi ari nawe mukuru w’Inama nkuru y’Inararibonye z’Umugambwe CNDD FDD akaba yasavye abari ngaho ngo hakurwe umuvugizi w’uyo mugambwe CNDD FDD ariwe Onesime Nduwayo kubera ivyo yashikirije Abamenyeshamakuru. Ariko abari ngaho bose bakaba batashimye kwifatanya nawe kuko bamumenyesheje ko Abafise uruhusha rwo kumukura ari Inama kamenuza y’umugambwe kuko ari nayo yamushizeho. Ivyo vyose bikaba vyabaye guhera igihe c’isaha cumi n’imwe z’umuhingamo gushika isaha zine z’ijoro nukuvuga mu kiringo c’amasaha ashika kuri 5, aho hakaba hari ku musi w’ejo igenekerezo rya 14 ntwarante. Source: RPA
Uburongozi bwa CNDD FDD ntibuhuriza ku kwitoza kandi kwa Pr. Petero...
Hari ukutabona kumwe ikibazo c’ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza, ivyo bikaba binaboneka no mu burongozi bw’umugambwe uri ku butegetsi unaturukamwo umukuru w’Igihugu ariwo CNDD FDD.
Mu kiganiro umukuru w’umugambwe CNDD FDD yahaye ikinyamakuru BBC yamenyesheje ko ata wundi mu Candidat azokwitoza ku ruhande rwa CNDD FDD atari nkuru nziza, ngo ataruko abagumyabanga ntibazobahamagare gutora. Haheze imisi mikeya Onesime Nduwimana nawe akaba yamenyeshe ko ivavuzwe ari ububeshi kubera batigeze bagira amatohoza ngo hamenyekane uwo abagumyabanga bashaka gushira imbere. Nayo muri ADC ikibiri bakaba babona ko ico kibazo camaze gutorerwa umututi ahubwo ko ari vyiza umukuru w’igihugu c’Uburundi aravye uko yotegura ibisanya ryiwe n’uwuzomusubirira mu kweiz kw’umunani.
Abarundi twese tuvire hasi rimwe twiyamirize bino bintu bikomeye vyo kuducanishamwo.
Mu Burundi ubu hari impande 2 zihambaye kandi atarizo gufata minenegwe:  1. Abashaka ko Petero NKURUNZIZA asubira kwitoza. 2.Abadashigikiye nagato kandi batipfuza ko yokwitoza ubugira 3 ngwabe umukuru wigihugu. Mubashaka ko yitoza turamaze kwumva ko binyegeza inyuma yamoko naho batavyemanga ariko bitwaza ivy’amoko, benshi akaba araba Hutu, bashaka kugarukana inzankano babicishije kumoko (akarorero ni rwarwandiko rwa CNDD-FDD ruvuga ivyamoko gusa. Mubadashaka kandi badashigikiye ko agaruka naho nyene hari abinyegeje inyuma yinzankano z’amoko, ntibavyemanga ariko benshi ni aba Tutsi, akarorero kahafi ni ibiheruka gushikizwa na Rufyikiri kuri Radio RPA aho we avuga ko incungu ya Democracy mu Burundi “Ndadaye Melchior ko ari umwe mubateguye Genocide yo kwica ngw”abatutsi mu Burundi ico naco akaba ari ikinyoma ndetse benshi bakaba bariyamirije ivyo aheruka gushikiriza. Abo bose (yaba aba Hutu, yaba aba Tutsi) bariko bashaka kudusubiza mugahitiye ubwo muraba maso ntibaducanishemwo kandi ntibadushire mumice, Abarundi twese tuvire hasi rimwe twiyamirize bino bintu vyamoko kandi Twirinde kubumviriza, twamirire kure inyigisho zabo kuko abarundi twese turi bamwe.
Pr. Petero NKURUNZIZA agasubira kwitoza azoba afise izindi nguvu zitaboneka yishimirije
Mu kiganiro kabizi co kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 11 ntwarante, umushingwamanza  Isidore rufyikiri yamenyesheje ko umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero nkurunziza nka hamwe yokwirengagiza impanuro ariko arahabwa n’ama Institution atandukanye ku kijanye n’ukwitoza kugira gatatu ngo ashobora kuba azoba afise izindi nguvu yishimirije zitaboneka.
Ivyo akabivuga yishimikije ko vyaba ibihugu vya buraya, ishengero katorika amashirahamwe yigenga eka n’abarundi batari bake ngo babandanya batera akamo umukuru w’igihugu ngo ntasubire kwitoza kandi. Nkuko yabandanije abivuga ngo akenshi abantu badakunda koboneka bakunze guta mu rudubi abakuru b’ibihugu ngo bakore ivyo batabona ikizovamwo.
Isidore Rufyikiri ntiyaretse kumenyesha ko nkahamwe yokwitoza biboneka ko hashobora kuba ibintu bibi, akabivuga atanga uburorero avuga ko abakunze gusoma ibitabo baravye neza ingwa zitandukanye zabaye kwisi zifise uko zatanguye kugomba gusa.
Agathon Rwasa arongoye urunani RANAC arababazwa na bino bintu baheruka gukorerwa...
Urunani RANAC rwabujijwe kuremesha ikiganiro n’abamenyeshamakuru aho ndetse uwurongoye urwo runani ” Agathon Rwasa ”’ yasavye ko iryo totezwa bariko barakorerwa ryohagarara.  Agathon Rwasa ati : “Namba uri umutegetsi ukaja guhagarika igikorwa ca naka, erekana uburenganzira buguha ubwo bubasha. Kuza gusa kubera wambaye umwambaro w’akazi canke uri umutegetsi, turavyubashe, ariko turasavye ko hanyuma hokurikizwa amategeko, kuko niyo atuma abantu bashobora kwigenza neza, igihugu kikaba mu mahoro.” [youtube id=”CN8iM3Sa8I8″ align=”center” mode=”normal” autoplay=”no” maxwidth=”640″] Iyo ni Video yerekana ukuntu abapolisi bari baje kubuza ko urunani Ranac ruganira n’abamenyeshamakuru ( Wambare ama Headphone kugirango ushobore kumva ivyo bavuga )
80% y’ubutunzi bwa President Nkurunziza bungana na 900 Milliard BIF niyo...
Nkuko ikinyamakuru Bujumbura.be kibishikiriza ngo muri Negociation ziriko zibera mu Butaliyano neza neza muri Rome hagati ya M26 hamwe n’ubutegetsi bwa Bujumbura habonetse igitigiri citirirwa amahera umukuru w’Igihugu c’Uburundi ashobora kuba afise gushika izi saha. Muri iyo Negociation ivurwa ko ishobora kuba iriko iraba naho bitarashirwa ahabona, bivurwa ko ubutunzi b’uyo mutware bushobora kuba buriko busabirwa gukingirwa ngo ntibukorweko mu gihe yova ku butegetsi naho urundi ruhande narwo rusaba ko ahubwo ibice 20% gusa vy’ayo mahera ariyo yoshobora gushikirizwa uwo yitirirwa ko ari ayiwe ariko ayasigaye yose agasubizwa mu bigega vy’igihugu c’Uburundi. Ayo mafaranga ariko atera induru ngaho muri ako gace k’isi ngo angana n’ama Milliyaridi 900 y’amafaranga y’amarundi. Nkuko ico kimenyeshamakuru kibandanya kibivuga ngo bishoboka ko aho bazosubirira guhura imirwi izoharira izoba yahindutse kubera bishoboka ko nyene ako kayabu k’amahera ashobora kuja kuyiburanirira. Gumana n’ikinyamakuru canyu mumenye vyinshi kuri iyo negociation itarashirwa ahabona ariko bivurwa ko ishobora kuba ihari
Pr. Nkurunziza agashira umukono kuri urwo rupapuro azohava yinjira mu mpimba
Gabriel rufyiri aragabisha umukuru w’igihugu ko nka hamwe yohirahira agashira umukono ku rupapuro rwo kwegurira ikibanza cahozemwo isoko nkuru ya Bujumbura ishirahamwe vyitwa ko ari iryabashinwa ngo nta nkeka agasho arakabona naho atabimwifurije. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri yamenyesheje ko hari amakuru mashasha avuga ko uwo iryo shirahamwe rigomba kwegurirwa ico kibanza ritari iryabashinwa gusa ahubwo n’abarundi barimwo, aho agatanga akarorera k’umurundi aba mu bushinwa kandi anaserukira Uburundi muri ico gihugu. Muri ico kiganiro nyene yamenyesheje ko amakuru baheruka kuronka kandi ashobora kuba ariyo ukuri ar’uko uwo murwi ushobora kuba ukoreshwa n’akarwi gashaka gushira imitahe muri ico kibanza. Gratient Rukindikiza we akamenyesha ko ayo mashirahamwe bivurwa ko agomba kwegurirwa ico kibanza ngo imitahe yabo aho bari muri HongKong mu Bushinwa bafise umutahe ungana na 1300 $ amahera adashikira umushahara w’umushikiranganji. Ntiyagarukiye ngaho ahubwo yanamenyesheje ko vyabonetse kuva iryo soko rigisha ko bari bazohashira ikindi kintu kuko baciye bamenyesha ko bukeye ko hazoja ama Super Market. Kubwa Rukindikiza asanzwe arongoye ikinyamakuru Burundi News  ngo ivyo birerekana neza ko igikorwa co guturira iryo soko bari bagifisemwo uruhara.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibihuha ni vyinshi ku bagwaye ingwara ya coronavirus m’Uburundi
Kumbuga ngurukana bumenyi hariko haraca amakuru avuga ko m’Uburundi abagwayi bane boba bitavye Imana mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Bikavugwa kandi ko n’umukuru w’Inama nshingamateka nawene ari ku musego biturutse kur’iyo ngwara ya coronavirus yugarije isi yose.  Ayandi makuru nayo akavuga ko umupfasoni w’umukuru w’igihugu nawene yajanywe mu gihugu ca Kenya kwivuza iyo ngwara ibuza umuntu guhema harimwo n’ubushuhe. Abantu nabo bakaguma barungika ubutumwa ku mbuga ngurukana bumenyi bavuga imiti itandukanye yoshobora kuvura no gukinga iyo ngwara ya coronavirus. Ayo makuru rero akaba atarabeshuzwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu benshi bagiriza kutitaba kukamo baba batewe n’abagwayi bibonyeko ibimenyesto vya coronavirus. Inumero za telephone zatanzwe nyinshi zikaba zititaba. Ubwo bushikirangani bw’amagara y’abantu bukaba butaratanga inkuru zikwiye kurabo bagwayi bavugwa hamwe no kuriyo miti abantu bifashisha kugira bivure ingwara ya coronavirus.
Denise Nkurunziza yoba yajanwe muri Kenya kuvurwa Coronavirus
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba akandi yiteguriye gusohoka ku butegetsi, ariwe Denise Bucumi Nkurunziza, yajanwe mu gihugu ca Kenya inyuma yo kwandura umugera wa Coronavirus. Ibinyamakuru vya Kenya biremeza iyo nkuru ko Denise Nkurunziza yuriye indege ejo ku musi wa kane mwibanga ntangere ajanwe ku bitaro vyigenga biri muri kenya avurwe COVID-19. Ikinyamakuru kimwe kinavuga mbere ko nabakaozi bakorera ku kibuga c’indege ca Bujumbura batemerewe kwegera ku nyandiko za Bucumi Denise zo kuja muri Kenya.  Bikavurwa kandi ko yagiye ajanye n’aba garde-corps biwe batatu umwe muribo akaba yaranduye nawe uyo mugera wa Covid-19. Naho ayo makuru yagizwe ibanga ntangere, biraboneka ko ibinyamakuru vyo muri Kenya vyovyo vyaciye bibona icajanye Denise Bucumi mu gihugu ca Kenya ko ari ukwivuze Coronavirus. Umushiikiranganji Thadee Ndikumana naho yahakanye ko yagiye muri Kenya kwivuza Coronavirus ku wa 21 Rusama 2020, ibinyamakuru vya Kenya vyemeza ko yagiyeyo kwivuza Covid-19. Sources: 1. https://metropoltv.co.ke/2020/05/29/burundis-ex-first-lady-airlifted-to-kenya-after-contracting-covid-19/ 2. https://sonkonews.com/burundi-first-lady-airlifted-kenya-covid-19/ 3.https://citizentv.co.ke/news/burundi-first-lady-evacuated-to-kenya-after-contracting-covid-19-334094/
Abasenyeri bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020
Umugwi w’abasenyeri bo mu Burundi, CECAB, bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020.  CECAB ikabona ko naho amatora muri rusangi yabaye mu mutekano, hatabuze ibigenda nabi. CECAB iravuga ko hatabaye ugufata kumwe abakandida bahiganirwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu. “Turababajwe cane n’utunenge twinshi twabaye mu matora ku bijanye n’ubwigenge, umuco mu matora hamwe nukunganisha abahiganwe bose mu kubafata kumwe bitabaye”, niko Joachin Ntahondereye arongoye CECAB yamenyesheje. Ibindi abo basenyeri bavuga bitagenze neza mu matora ni uguhata abahagarariye amatora gusinya ku nzandiko za nyuma zivyavuye mu matora(proces verbaux, ugutora mu kibanza c’abapfuye hamwe n’impunzi hamwe no kuja gutorera abandi incuro nyinshi.  Ibindi umugwi w’abaseneyri uvuga ko bitagenze neza ni kuba hari abatora batoye incuro irenga imwe hamwe no kwirukana abari bahagarariye amatora bo mu mugambwe CNL nabandi hamwe no kubatera ubwoba bikozwe n’abategetsi batwara. Idini rya katolika mu Burundi rikaba ryari risanzwe rifitaniye umubano mubi na leta ya CNDD-FDD kuva mu matora yose yarenganye. Ubwo leta y’Uburundi iza kwishura gute kuri ibi birego vyashizwe ahabona na katolika?
#COVID-19: Umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye Coronavirus
Mu makuru ariko aca ku mbuga nguruakana bumenyi ataremezwa na leta y’Uburundi avuga ko umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye umugera wa Coronavirus. Mu makuru ashirwa ahabona n’ikinyamakuru SOS Media Burundi avuga ko umushikiramganji w’amagara y’Abantu, Thaddee Ndikumana, yoba yajanwe mu gihugu ca Kenya kugira avurwe mu buryo bwihuta kubera Coronavirus yoba yaranduye.  Aya makuru arahuye nayandi avugwa ko mu Burundi ubu hari abarwayi benshi ba Coronavirus naho leta y’Uburundi idashaka kubashira ahabona. Mu misi yahera harabaye iyirukanwa ry’abakozi bakorera Ishirahamwe ryitaho amagara y’Abantu mu Burundi,OMS, hakanavugwa ko hoba harabaye ukutabona kumwe kwa leta y’Uburundi ibijanye no kurwanya ikiza ca COVID-19 mu gihugu c’Uburundi. https://twitter.com/SOSMediasBDI/status/1265192155330547712?s=20 Abarundi baba mu gisagara ca Bujumbura na cane cane bobo barafise ubwoba cane kubera ico kiza bivugwa ko coba gikwiragiye mu bantu ariko kubera ibikoresho vyo gupima bidashika kuri bose ntibabimenye. Mu Burundi gushika ubu hamaze kwandura abantu COVID-19 bashika ku 42 mu barenga amajana atanu bamaze gupimwa mu gisagara ca Bujumbura gusa. Ariko rero , nta numwe mu Barundi baba mu gihugu hagati arigera apimwa umugera wa Coronavirus na cane abarundi baba ku mupaka uhana imbibe n’ibindi bihugu vyanduye cane nka Tanzania hamwe n’Uburundi.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibihuha ni vyinshi ku bagwaye ingwara ya coronavirus m’Uburundi
Kumbuga ngurukana bumenyi hariko haraca amakuru avuga ko m’Uburundi abagwayi bane boba bitavye Imana mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Bikavugwa kandi ko n’umukuru w’Inama nshingamateka nawene ari ku musego biturutse kur’iyo ngwara ya coronavirus yugarije isi yose.  Ayandi makuru nayo akavuga ko umupfasoni w’umukuru w’igihugu nawene yajanywe mu gihugu ca Kenya kwivuza iyo ngwara ibuza umuntu guhema harimwo n’ubushuhe. Abantu nabo bakaguma barungika ubutumwa ku mbuga ngurukana bumenyi bavuga imiti itandukanye yoshobora kuvura no gukinga iyo ngwara ya coronavirus. Ayo makuru rero akaba atarabeshuzwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu benshi bagiriza kutitaba kukamo baba batewe n’abagwayi bibonyeko ibimenyesto vya coronavirus. Inumero za telephone zatanzwe nyinshi zikaba zititaba. Ubwo bushikirangani bw’amagara y’abantu bukaba butaratanga inkuru zikwiye kurabo bagwayi bavugwa hamwe no kuriyo miti abantu bifashisha kugira bivure ingwara ya coronavirus.
Abapolisi ba Leta zunze ubumwe bw’Amerika barasaba imbabazi abenegihugu
Uko gusaba imbabazi kw’ibonekeje kur’uyu wa gatandatu aho abapolisi bo muri Let aya Miami bafukama imbere y’abanyagihugu bariko baragira imyiyerekano biyamiriza urupfu rwababaje abantu benshi kw’isi rw’umwirabure w’umunyamerika azwi kw’izina rya George Floyd yaba muri Leta ya Minneapolis.
Uwu mwirabure akaba yahagaritswe haraciye imisi itanu n’umupolisi w’umuzungu w’umunyamerika yitwa Derek Chauvin aca amufukama kw’izosi. Uwo mwirabura kubera yaraboshe amaboko aryamye hasi ntiyashoboye kwikurayo ariko yaguma akoma induru ati biranse ko mpema. Abariko barabibona baragerageje kubuza uwo muzungu w’umupolisi ariko vyabaye impfagusa kuko bagenzi b’uwo mupolisi b’abazungu babapolisi baranse kw’abantu batabara. Abo bariko barabibona baciye bafata amasanamu baca bayakwiza isi yose. Uyo mupolisi w’umuzungu akaba yavuye kur’uyo mw’irabure amaze guta ubwenge akaba yagiye gupfira mu modoka ya ruseha abaniha yari ije kumutwara kwa muganga. Ibisagara vyinshi vya Leta zunze ubumwe bwa Amerika bikaba biri mu myiyerekano vyiyamiriza ubwo bwicanyi bw’uyo mupolisi. Uyo mupolisi yabanje gukurwa mu kazi hamwe na bagenzi be ariko abanyagihugu bavuze ko ivyo bidakwiye akwiye guhagarikwa agacibwa urubanza, ivyaciye bikorwa ubwo nyene. Ishavu ry’amanyamerika babirabure n’abazungu rikaba ritarahera nubu imyiyerekano ikaba ibandanya naho hari ikiza c’ingwara corona virus kibangamiye ico gihugu kimaze kwica abanyamerika barenga 100.000.
Umutanzaniya wambere yahitanwe nikiza coronavirus
Ivyo vyavuye mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwo mu gihugu ca Tanzaniya. Iryo tangazo rikavuga ko uwo muntu w’umugabo yarafise  imyaka 49 akaba yari yaratowe iyo ngwara y’ikiza ya coronavirus.  Uwo mugabo akaba ngo yarafise izindi ngwara zituma abasodo bo mu mubiri wiwe bagabanuka, ico kiza naco gisanze abasoda bo mu mubiri bimwe bita anti corps globules mu kirimi c’igifaransa badafise inguvu zikwiye kenshi kirahitana umugwayi. Mur’ico gihugu kibanyi ca Tanzaniya rero hamaze gutorwa abantu bagera 19 bagwaye iyo ngwara, umwe akaba amaze gukira iyo ngwara. Ivyo biruko mu gihe ibihugu nka vyose vyugaye imipaka yavyo indege zitwara abantu zirahagarara, mbere ibihugu bitari bike bikaguma bibuza ku nguvu abnyagihugu bavyo kuva mu mazu. Ivyo bigatuma inzara itera murivyo bihugu, ibihugu vyifise bigahitamwo gutanga imfungurwa kubatishoboye bakorera amahera ku musi kumusi.
Isanganya rikomeye muri zone kamenge
Murabo bapfuye hari umukenyezi yari yibungenze yagonzwe niyo mudoka y’ikamyo wewe aca aritaba Imana ariko umwana yari yibungenze akaba yaciye amuvamwo ararokoka. Abantu benshi bakabona kw’ari igitangaro c’Imana. Ibiziga vy’abo bantu bikaba vyaciye bijanwa m’uburukiro bw’ibitaro Roi Khared bimwe murivyo ababo bakaba bataramenya ko bitavye Imana.
Nta mugwayi wa coronavirus batoye ku bitaro Kira Hospital
Mwitangazo umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA, Muganga Thaddée Ndikumana, ahejeje gusoma kur’uyu wa gatandatu yamenyesheje ko abantu bane bari biketsweko ingwara ya coronavirus basanze atayo babatoyeko inyuma y’ibipimo vyakozwe n’ikigo c’igihugu kijejwe gupima ingwara INSP. Umushikiranganji w’amagara y’abantu amenyesha ko ikigo INSP arico conyene kijejwe gupima iyo ngwara ibangamiye isi yose.  Abo bagwayi bane batanguye kuvugwa kur’uyu wa gatanu inyuma yaho habonetse ikete ritembera ku mbuga ngurukana bumenyi risa n’irivuye mu bitaro bikomeye vy’i Bujumbura aho uworongoye ivyo bitaro yasaba imiti yo gupima iyo ngwara kuko yiketse abo bantu kuba bafise iyo ngwara. Ariko umuhanuzi mukuru mu biro vy’Umukuru w’igihugu ajejwe ivyo kumenyesha amakuru, Willy Nyamitwe, kurubuga ngurukana bumenyi rwiwe tweeter aratangazwa niryo kete ry’uwo arongoye ivyo bitaro, Dr Sahabo Christophe, aho yaryandikiye kandi nawe yugaranywe bimwe bita quarantaine kugira barabe ko adafise ico kiza inyuma y’urugendo yahoramwo mu bihugu vya buraya aho coronavirus yiraye isasika inganda. Uburundi gushika ubu nta ngwara ya coronavirus iratorwamwo mu gihe ibihugu bibanyi vy’Uburundi vyose bivugwamwo iyo ngwara yica yandukiye mu mpwemu. Mbere mu gisagara Kinshasa bakaba basibije kugumiza abantu mu mazu kur’uyu wagatandatu batinya kwibiciro vy’ibifungurwa biduga biteye ubwoba inzara ikica abantu. Mu gihugu c’Urwanda naho bamaze indwi bugaraniwe mu mazu yabo bakavuga ko barambiwe no kuguma bicaye. Président Paul Kagame mw’ijambo yaraye ashikirije abanyarwanda avuga ko agiye gufasha abatishoboye kugira bashobore kuguma mu mazu yabo.
Haravugwa umutanzaniya yatowe ingwara coronavirus avuye i Burundi
Iyo nkuru ikaba yamenyeshejwe n’iradiyo y’abongereza BBC mu rurimi rw’igiswahili ikorera mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya. Ico kimenyeshamakuru kikavuga ko uyo yatowe iyo ngwara ari umuchoferi w’amacamion aja i Burundi. Mwomenya ko Uburundi ata ngwara ya coronavirus ibangamiye isi yahagaritse n’imirimo iratorwamwo nkuko abajejwe ubuvuzi babandanya babimenyesha, ariko mu gihugu ca Tanzaniya bakaba bamaze kuyitora kubashika 25.  Benshi m’Uburundi bakaba batashotse bemeza iyo nkuru kuko uyo mupaka wa Tanzaniya n’Uburundi hari iyindi mipaka n’ibindi bihugu nka Républika Iharanira Demokarasi ya Congo n’Urwanda. Bati ntacemeza ko yoba yaaynduriye i Burundi.   Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bukaba bwaciye busohora itangazo riciye kuri tweeter ko Leta y’Uburundi yatanguje amatohoza imenye neza aho uyo muntu yagiye araca kugira ikingire abenegihugu bayo mu gupima uwo wese yoba yarabonanye nawe nimba koko yaravuye i Burundi.
Leta y’Uburundi isaba abenegihugu gutekana no guterera amasengesho
Iryo n’itangazo ryasomwe na Prosper Ntahorwamiye, umuvugizi wa Leta y’Uburundi akaba n’umunyamabanga mukuru wayo kur’uyu wa kane. Akaba yamenyesheje ati kubona ikiza coronavirus kitarashika m’Uburundi ari ikigongwe c’Imana kuko hari ibindi bihugu vy’ibihangange bifise ibikoreshe vyinshi vyo kuyigwanya ariko iyo ngwara ikaba iriko iratikiza inganda kandi ubuzi bwahagaze.  Prosper Ntahorwamiye agasaba abarundi kutaryama umukondorazosi no gukurikiza amabwirizwa y’isuku. Arasaba kandi ubushikiranganji butandukanye ko bwoguma hafi y’abenegihugu buraba ko hari ikibuze. Prosper Ntahorwamiye amenyesha ko ibikoresho vyo gupima iyo ngwara coronavirus bihari bikwiye mugihe hari abavuga ko atabikoresho vyo gupima bihari, agatanga akarorero kumufaransa kazi yiketsweko iyo ngwara ko yaciye apimwa vyihuta baca basanga ntafise uwo mugera. Prosper Ntahorwamiye arashimira Leta y’Ubushinwa n’umugwizatunga w’umushinwa Jack Ma barungitse ibikoresho vyo gupima no kwikingira iyo ngwara ya coronavirus yandukira iciye mu muyaga no mu mate umutntu akorore canke yasamuye. Mur’iryo tangazo aranegura ishure ry’abafaransa n’ababiligi bakorera m’Uburundi kubona baciye bugara amashure kandi abandi bariko bariga kuko iyo ngwara itaratorwa m’Uburundi. Prosper Ntahorwamiye amenyeshe ko Leta y’Uburundi igabisha abo bose bakwiragiza ibihuha ku mbuga ngurukana bumenyi vyo guhahamura abenegihugu, Leta y’Uburundi irasaba abenegihugu kuguma barikanuye bakurikiza amabwirizwa y’isuku, gutekana, gukomeza amasengesho Imana igume ikingiye Uburundi.
Amashirahamwe menshi yahagurukiye ikiza coronavirus
Ayo nayo akaba ari Ibanki y’Isi yose ariyo bita Banque Mondiale canke World Bank aho igiye gusohora imiliaridi 14 kugira ishigikire ubuvuzi mu bihugu bitaratera imbere hamwe no kurwanya ubushomeri bwohava bukwirikira mugihe abantu baba bugaraniwe mu mazu batinya kwanduzanya uwo mugera covid-19.   Abandi bahagurukiye ico kiza n’ishirahamwe ry’Ibihugu vya Afrika vyo mu karere kubuseruko EAC aho ririko ritegura imiduga izopima abantu ico kiza n’ibikoresho atari bike muvy’ubuvuzi bw’iyo ngwara nk’ibikoresho bifasha guhema no kwikingira ku mazuru iyo ngwara. Abashingamateka b’uyo muryango nabo bakaba bategekanya kugira ingendo mu bihugu baturukamwo kugira bamenye ibikenewe m’ubumenyi bw’abenegihugu n’ingaruka mbi kubutunzi, bikavurwa na Victor Burikukiye, arongoye abashingamateke babarundi mur’uyu muryango, ivyo bikorwa bikazomara indwi zibiri. Aho ntitwibagiye ishirahamwe mpuzamakungu OMS rimaze kugurura mu bitaro bimwe bimwe vya Bujumbura aho bapimira iyo ngwara naho bashobora kurwarira mugihe habonetse abagwayi bico kiza. Umugwizatunga w’umuchinois Jack Ma arikumwe n’ishirahamwe ryiwe Alibaba Group nawe akaba yararungitse ibikoresho vyinshi kumugabane wa Afrika bikaba bimaze kuzanwa n’indege Ethipian’s Airlines. Ariko uyu mugera ukaba ugoye kurwanya kuko uca mu mpwemu no gukoranako kandi ukaba ukarira amahaha aho umuntu vyanka ko ahema. Ibisagara vyinshi vyo kwisi bikaba vyabujije abantu gutembera bidakenewe no gukaraba kenshi hamwe no kureka kuramukanya mu minwe.
Abarundi ngo boba barajwe ishinga n’amatora kurusha Coronavirus?
Hari amakuru ariko acanacanako amenyesha ko mu Burundi ata kintu kinini kiriko kirakorwa kugira ngo hakingwe umugera wa Coronavirus ahubwo ko Abarundi barajwe ishinga cane n’amatora yo mu kwezi kwa Rusama 2020. Mu gihe isi yose irajwe ishinga cane kandi ihanzwe n’ikiza c’umugera wa Coronavirus, abategetsi b’Uburundi uhereye kuri Numero 1 w’Uburundi biboneka ko bandanya nk’uko bisanzwe mu bikorwa vyabo. Ariko rero Ubushikiranganji bw’amagara y’Abantu mu Burundi ntibuhengeshanya kwama bwibutsa Abarundi kwirinda ico kiza hamwe no gupima abiketswe ko boba baranduye ico kiza. Ivyo vyaragaragaye igihe umuvugizi wa leta y’Uburundi, Prosper Ntahorwamiye, yamenysheje ko umugera wa Coronavirus ‘utazobuza ko amatora aba mu gihugu c’Uburundi’.  Ivyo kandi vyagaragaye cane mu nama nshikiranganji yabaye uyu musi wa gatatu aho ku rutonde rw’ivyigwa n”Inama nshikiranganji iyobowe na Petero Nkurunziza ata kibazo c’ingwara ya Coronavirus kiriko mu vyigwa. Gusa icibonekeje cane muri iyo nama nshikiranganji ni uko abari bitavye iyo nama nshikiranganji harimwo na Numero 1 w’Uburundi ata numwe yakoze mu ntoki uyundi mukuramukanya bahanye indamukanyo y’amahoro gusa. Gushika ubu nta muntu numwe aratorwa ko arwaye umugera wa Coronavirus mu gihugu c’Uburundi naho amakenga n’ubwoba bitabuze mu banyagihugu. In the meantime in #Burundi it's business as usual. Today President Nkurunziza is chairing the cabinet meeting and on the agenda, no item about #Covid19. The country has not yet recorded any case of #Coronavirus. pic.twitter.com/xHmgmHAgxi — Micomyiza Jean-Baptiste (@micomyizajohn) March 25, 2020
Urwanda rugeze kubagwayi 36 b’ingwara ya coronavirus
Ibiharuro biguma vyiyongera vy’abagwayi ba coronavirus mu gihugu c’Urwanda inyuma yaho bavuye kugitigiri ca 17 bari bagwaye mu ndwi iheze. Ingingo nyinshi zikaba zarafashwe mur’ico gihugu kibanyi nko kugara amashure, kubuza abantu gutembera no guhagarika uruja n’uruza rw’imiduga n’amamoto n’indege zija m’Urwanda kiretse izizanye ibidandazwa. Ariko biboneka ko iyo ngwara yandukira cane iguma igwira.  Mu gihugu c’Uburundi ntamugwayi aribonekeza gushika ubu nkuko bibandanya bivugwa n’Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu ariko abantu benshi bakaguma bibaza ingene itarashika m’Uburundi ibihugu bibanyi bimaze gufatwa, bamwe bati n’amasengesho menshi y’Abarundi, abandi ngo nta miti yo gupima iyo ngwara ihari abandi bati ni kubera Leta imaze gufata ingingo nyinshi zo gukingira abenegihugu nko kubuza uruja n’uruza rw’indege, gupima abantu barengana ku mipaka no kwigisha amategeko y’isuku abenegihugu naho bibagora kuyakwirikiza nko kuramukanya. Ibitaro Roi Khared, Clinique Prince Louis n’ibitaro vy’abasirikare bikaba vyarateguwe kugira vyakire abagwayi bambere ariko ibipimo bikazobera mu kigo INSP aho hari imiti yo gupima iyo ngwara. Nkuko bivugwa na muganga Salvator Ndayitwayeko, ajejwe gutabara vyihuta ahiketswe iyo ngwara ya coronavirus, abagwayi ni baba benshi, bazoca bajanwa mu kigo cabonyene kiri Kumudubugu mu ntara ya Kayanza aho hateguwe ibitanda bishika 100 n’imiti yo kuvura abo bagwayi.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibihuha ni vyinshi ku bagwaye ingwara ya coronavirus m’Uburundi
Kumbuga ngurukana bumenyi hariko haraca amakuru avuga ko m’Uburundi abagwayi bane boba bitavye Imana mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Bikavugwa kandi ko n’umukuru w’Inama nshingamateka nawene ari ku musego biturutse kur’iyo ngwara ya coronavirus yugarije isi yose.  Ayandi makuru nayo akavuga ko umupfasoni w’umukuru w’igihugu nawene yajanywe mu gihugu ca Kenya kwivuza iyo ngwara ibuza umuntu guhema harimwo n’ubushuhe. Abantu nabo bakaguma barungika ubutumwa ku mbuga ngurukana bumenyi bavuga imiti itandukanye yoshobora kuvura no gukinga iyo ngwara ya coronavirus. Ayo makuru rero akaba atarabeshuzwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu benshi bagiriza kutitaba kukamo baba batewe n’abagwayi bibonyeko ibimenyesto vya coronavirus. Inumero za telephone zatanzwe nyinshi zikaba zititaba. Ubwo bushikirangani bw’amagara y’abantu bukaba butaratanga inkuru zikwiye kurabo bagwayi bavugwa hamwe no kuriyo miti abantu bifashisha kugira bivure ingwara ya coronavirus.
Denise Nkurunziza yoba yajanwe muri Kenya kuvurwa Coronavirus
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba akandi yiteguriye gusohoka ku butegetsi, ariwe Denise Bucumi Nkurunziza, yajanwe mu gihugu ca Kenya inyuma yo kwandura umugera wa Coronavirus. Ibinyamakuru vya Kenya biremeza iyo nkuru ko Denise Nkurunziza yuriye indege ejo ku musi wa kane mwibanga ntangere ajanwe ku bitaro vyigenga biri muri kenya avurwe COVID-19. Ikinyamakuru kimwe kinavuga mbere ko nabakaozi bakorera ku kibuga c’indege ca Bujumbura batemerewe kwegera ku nyandiko za Bucumi Denise zo kuja muri Kenya.  Bikavurwa kandi ko yagiye ajanye n’aba garde-corps biwe batatu umwe muribo akaba yaranduye nawe uyo mugera wa Covid-19. Naho ayo makuru yagizwe ibanga ntangere, biraboneka ko ibinyamakuru vyo muri Kenya vyovyo vyaciye bibona icajanye Denise Bucumi mu gihugu ca Kenya ko ari ukwivuze Coronavirus. Umushiikiranganji Thadee Ndikumana naho yahakanye ko yagiye muri Kenya kwivuza Coronavirus ku wa 21 Rusama 2020, ibinyamakuru vya Kenya vyemeza ko yagiyeyo kwivuza Covid-19. Sources: 1. https://metropoltv.co.ke/2020/05/29/burundis-ex-first-lady-airlifted-to-kenya-after-contracting-covid-19/ 2. https://sonkonews.com/burundi-first-lady-airlifted-kenya-covid-19/ 3.https://citizentv.co.ke/news/burundi-first-lady-evacuated-to-kenya-after-contracting-covid-19-334094/
Abasenyeri bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020
Umugwi w’abasenyeri bo mu Burundi, CECAB, bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020.  CECAB ikabona ko naho amatora muri rusangi yabaye mu mutekano, hatabuze ibigenda nabi. CECAB iravuga ko hatabaye ugufata kumwe abakandida bahiganirwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu. “Turababajwe cane n’utunenge twinshi twabaye mu matora ku bijanye n’ubwigenge, umuco mu matora hamwe nukunganisha abahiganwe bose mu kubafata kumwe bitabaye”, niko Joachin Ntahondereye arongoye CECAB yamenyesheje. Ibindi abo basenyeri bavuga bitagenze neza mu matora ni uguhata abahagarariye amatora gusinya ku nzandiko za nyuma zivyavuye mu matora(proces verbaux, ugutora mu kibanza c’abapfuye hamwe n’impunzi hamwe no kuja gutorera abandi incuro nyinshi.  Ibindi umugwi w’abaseneyri uvuga ko bitagenze neza ni kuba hari abatora batoye incuro irenga imwe hamwe no kwirukana abari bahagarariye amatora bo mu mugambwe CNL nabandi hamwe no kubatera ubwoba bikozwe n’abategetsi batwara. Idini rya katolika mu Burundi rikaba ryari risanzwe rifitaniye umubano mubi na leta ya CNDD-FDD kuva mu matora yose yarenganye. Ubwo leta y’Uburundi iza kwishura gute kuri ibi birego vyashizwe ahabona na katolika?
#COVID-19: Umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye Coronavirus
Mu makuru ariko aca ku mbuga nguruakana bumenyi ataremezwa na leta y’Uburundi avuga ko umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye umugera wa Coronavirus. Mu makuru ashirwa ahabona n’ikinyamakuru SOS Media Burundi avuga ko umushikiramganji w’amagara y’Abantu, Thaddee Ndikumana, yoba yajanwe mu gihugu ca Kenya kugira avurwe mu buryo bwihuta kubera Coronavirus yoba yaranduye.  Aya makuru arahuye nayandi avugwa ko mu Burundi ubu hari abarwayi benshi ba Coronavirus naho leta y’Uburundi idashaka kubashira ahabona. Mu misi yahera harabaye iyirukanwa ry’abakozi bakorera Ishirahamwe ryitaho amagara y’Abantu mu Burundi,OMS, hakanavugwa ko hoba harabaye ukutabona kumwe kwa leta y’Uburundi ibijanye no kurwanya ikiza ca COVID-19 mu gihugu c’Uburundi. https://twitter.com/SOSMediasBDI/status/1265192155330547712?s=20 Abarundi baba mu gisagara ca Bujumbura na cane cane bobo barafise ubwoba cane kubera ico kiza bivugwa ko coba gikwiragiye mu bantu ariko kubera ibikoresho vyo gupima bidashika kuri bose ntibabimenye. Mu Burundi gushika ubu hamaze kwandura abantu COVID-19 bashika ku 42 mu barenga amajana atanu bamaze gupimwa mu gisagara ca Bujumbura gusa. Ariko rero , nta numwe mu Barundi baba mu gihugu hagati arigera apimwa umugera wa Coronavirus na cane abarundi baba ku mupaka uhana imbibe n’ibindi bihugu vyanduye cane nka Tanzania hamwe n’Uburundi.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibihuha ni vyinshi ku bagwaye ingwara ya coronavirus m’Uburundi
Kumbuga ngurukana bumenyi hariko haraca amakuru avuga ko m’Uburundi abagwayi bane boba bitavye Imana mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Bikavugwa kandi ko n’umukuru w’Inama nshingamateka nawene ari ku musego biturutse kur’iyo ngwara ya coronavirus yugarije isi yose.  Ayandi makuru nayo akavuga ko umupfasoni w’umukuru w’igihugu nawene yajanywe mu gihugu ca Kenya kwivuza iyo ngwara ibuza umuntu guhema harimwo n’ubushuhe. Abantu nabo bakaguma barungika ubutumwa ku mbuga ngurukana bumenyi bavuga imiti itandukanye yoshobora kuvura no gukinga iyo ngwara ya coronavirus. Ayo makuru rero akaba atarabeshuzwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu benshi bagiriza kutitaba kukamo baba batewe n’abagwayi bibonyeko ibimenyesto vya coronavirus. Inumero za telephone zatanzwe nyinshi zikaba zititaba. Ubwo bushikirangani bw’amagara y’abantu bukaba butaratanga inkuru zikwiye kurabo bagwayi bavugwa hamwe no kuriyo miti abantu bifashisha kugira bivure ingwara ya coronavirus.
Abapolisi ba Leta zunze ubumwe bw’Amerika barasaba imbabazi abenegihugu
Uko gusaba imbabazi kw’ibonekeje kur’uyu wa gatandatu aho abapolisi bo muri Let aya Miami bafukama imbere y’abanyagihugu bariko baragira imyiyerekano biyamiriza urupfu rwababaje abantu benshi kw’isi rw’umwirabure w’umunyamerika azwi kw’izina rya George Floyd yaba muri Leta ya Minneapolis.
Uwu mwirabure akaba yahagaritswe haraciye imisi itanu n’umupolisi w’umuzungu w’umunyamerika yitwa Derek Chauvin aca amufukama kw’izosi. Uwo mwirabura kubera yaraboshe amaboko aryamye hasi ntiyashoboye kwikurayo ariko yaguma akoma induru ati biranse ko mpema. Abariko barabibona baragerageje kubuza uwo muzungu w’umupolisi ariko vyabaye impfagusa kuko bagenzi b’uwo mupolisi b’abazungu babapolisi baranse kw’abantu batabara. Abo bariko barabibona baciye bafata amasanamu baca bayakwiza isi yose. Uyo mupolisi w’umuzungu akaba yavuye kur’uyo mw’irabure amaze guta ubwenge akaba yagiye gupfira mu modoka ya ruseha abaniha yari ije kumutwara kwa muganga. Ibisagara vyinshi vya Leta zunze ubumwe bwa Amerika bikaba biri mu myiyerekano vyiyamiriza ubwo bwicanyi bw’uyo mupolisi. Uyo mupolisi yabanje gukurwa mu kazi hamwe na bagenzi be ariko abanyagihugu bavuze ko ivyo bidakwiye akwiye guhagarikwa agacibwa urubanza, ivyaciye bikorwa ubwo nyene. Ishavu ry’amanyamerika babirabure n’abazungu rikaba ritarahera nubu imyiyerekano ikaba ibandanya naho hari ikiza c’ingwara corona virus kibangamiye ico gihugu kimaze kwica abanyamerika barenga 100.000.
BREAKING NEWS | Pr. Petero Nkurunziza ashaka kugandagurwa na Adolphe Nshimirimana
Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ngo umutekano wiwe woba utifashe neza nkuko ayo makuru adushikira abivuga. Ayo makuru nyene dukesha ikinyamakuru Bujumbura News avuga ko uwahoze arongoye iperereza Adolphe Nshimirimana ariwe ashaka kugandagura umukuru w’igihugu c’Uburundi.  Ushobora kuba wibaza impamvu vyoba biriko bigenda uko, ngo impamvu nuko umukuru w’igihugu yoba yumviye akamo abarundi n’amakungu boba baramuteye ko kudasubira kwitoza ubugira gatatu. Nkuko ayo makuru nyene abandanya abivuga ngo uwashoboye gushira ahabona ayo makuru n’umufasha w’umukuru w’igihugu DENISE Nkurunziza. Mwibuke ko ico kinyamakuru nyene arico camenyesheje ko i Roma hariko habera ibiganiro bihuza ubutegetsi nabo bitavuga rumwe bahurikiye muri M26, ivyo biganiro bikaba bitarahera ariko baka bemereye nkurunziza kuzomukingira aramutse avuye ku butegetsi, ivyo bikumvikana mu majambo umufasha w’umukuru w’igihugu yashikirije aho yahamagara abarongoye ico kinyamakuru:<< Ndabasavye mubwire abari ku mutwe wibiganiro vyabereye i Roma yuko umuryango wanje ukeneye ko muwukingira nkuko bavyemeranije>>.
CENI idakoze ivyo yasabwe na FRODEBU ntakabuza barasokora
Mu mugambwe Frodebu baragabisha umurwi ujejwe gutegura amatora CENI ko bashobora kuva mu matora mu gihe batokwemera gukora ivyo babasavye. Ivyo bikaba vyashikirijwe na Bamvuginyumvira Ferederiko asanzwe ari icegera c’uwurongoye umugambwe FRODEBU. Uguhakana kwinshi kuranga abarongoye CENI ku bijanye n’icokorwa ngo amatora agende neza kuko ari ay’abarundi bose nikwo gushora gutuma uwo mugambwe FRODEBU usokora muri ayo amatora. Ivyo babasavye vyose nkuko bishikirizwa na Ferederiko ngo nta na kimwe  bashima gukorerako, ivyo rero ngo babikora kubera bumvise ko abanyamigambwe batazoreka kuja mu matora yo muri uno mwaka. Bamvuginyumvira ntareka no kumenyesha ko aho bariko barandikira abazokwitoza naho nyene hakwiye kwirwa neza, ngo kubera basavye ko hojanwa umuhinga wundi ngo arabe uko ibikorwa biriko biragenda avuge uko abibona baravyirengagiza. Twobibutsa ko umugambwe Frodebu uri muri ya migambwe yasokora mu matora ya 2010
Bamwe bamwe mu banyabutihinda barara ntibuca kubera Imbonerakure
Iterabwoba ribandanya rikorwa n’urwaruka rurhurikiye mu mugambwe uri ku butegetsi Imbonerakure, ivyo bikaba bivurwa hirya no hino aho abantu batandukanye baguma babidogera. Muri Commune ya Butihinda mu Ntara ya Ngozi abari mu migambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi baragiriza imberakure ko zibasotora mu kumanika amabendera(Flags) imbere y’amazu yabo. Nayo abanyagihugu bo muri ako gace bo bakarara ntibuca batinya ko bagabwako ibitero n’iyo misore bivuye kuko badasangiye ivyiyumviro vya politics. Nkuko abarongoye imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi babivuga ngo abarongoye umugambwe CNDD FDD bari muri izo ntara baraabifisemwo uruhara. Ivyo bikaba biterwa ivyatsi n’abasanzwe barongoye uwo mugamwe muri iyo commune ya Butihinda aho amenyesha ko ivyo ari ibi ibihuha.
Icohagarika umutima abarundi yoba CENI apana ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu
Umushingwamanza Isidore Rufyikiri aheruka kumenyesha ko azokwitiza ku giti ciwe mu kibanza c’Umukuru w’igihugu muri ano matora ariko arategurwa. Mu kiganiro aheruka guha abamenyeshamakuru yamenyesheje ko ubu atari umwanya wo kwibaza cane ku bijanye n’ikiringo ca gatatu c’Umukuru w’igihugu kuko kwoba ari ugusamara. Abariko baritegurira amatora abasaba ahubwo kuvira hasi rimwe ngo biyamirize umurwi utegura amatora CENI kuko uko wagiyeho atariko vyategerezwa kugenda, ngo abari ku butegetsi n’abatavuga rumwe na Leta ntibumvikanye ku bazoja muri uwo murwi  ahubwo abatavuga rumwe na leta bararushijwe inguvu. Nkuko amakuru abandanya abivuga ngo uwo murwi utahavuye umukuru w’igihugu ashobora kutitoza hakitoza uwuzomukingira mu mafuti yakoreye abarundi, eka ngo uwuzoba avuye muri CNDD FDD atanzwe na Nkurunziza ashobora kuzokorerwa nkivyo bokoreye Umukuru w’igihugu c’Uburundi mu gihe yokwitoza.
ONU isaba ko uwahatswe kugandagura Umugore wa Rwasa Agathon afatwa Agashengezwa
Ishirahamwe ONU rirasaba ko igihugu c’Uburundi cokora amatohoza ku bagira bagandagure umugore w’umukuru w’Umugambwe FNL yigenga Rwasa Agathon. Mu kiganiro umuvugizi wa ONU yahaye ikinyamakuru c’abafaransa yamenyesheje ko asaba igihugu c’Uburundi kunyaragasa biri mu maguru masha ngo berekane abagira bakore iryo bara. Bigasabwa ko vyokorwa hakiri kare cane.
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki Moon ONU ikabivuga yisunze ko uwabikorewe ari umwe mubaboneka ko bashobora gusubirira umukuru w’igihugu c’Uburundi kandi ngo bibaye mu gihe hegereye amatora azoba mu kwezi kwa gatanu na gatandatu 2015.
Umufasha wa Agathon Rwasa aheruka kuraswa n’abantu bataramenyekana. Mwibuke rero ko Haberisoni Annociate yahatswe kugandagurwa n’umuntu ataramenyekana aho yariko arakora imishatsi muri Salon yo muri Quartier Asiatique, iyo ikaba ari imwe mu ma Quartier y’ I Bujumbura.
Agathon Rwasa niwe munyepolitike wa mbere akomeye cane kandi akunzwe kurusha...
Édouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, yaraye atangaje muri Kabizi ko urunani rw’abigenga rudashoboka mu matora. Umumenyeshamakuru Gilbert Niyonkuru amubajije ko hoba hariho itegeko ribuza abigenga kuja hamwe yishuye ati: ” …ndumva ko ushaka kuvuga ko ibitabujijwe n’amategeko biba birekuwe”. Kubwa Édouard Nduwimana kuba amategeko avuga urunani rw’imigambwe bisigura ko urwabigenga rudashoboka.  Utuntu dutatu nobivugako: 1. Biraboneka ko ubutegetsi butinya cane urunani rwa FNL- Rwasa na Uprona-Nditije. Mu myaka iheze abategetsi b’Uburundi bakwira amahanga berekana ko ubumwe bwa CNDD-FDD na Uprona muri Leta yari inkingi y’amahoro ku buryo abandi banyapolitike bose ataco bari bavuze. Kuva aho Uprona ivanye na CNDD-FDD igatera yegera FNL ya Agathon Rwasa, iyo shusho yarahindutse cane. Mu makungu eka mbere no mu Burundi Agathon Rwasa atera yambara rwose ishusho rikomeye ry’umuntu ashobora guhuza abarundi mu gihe CNDD-FDD Nkurunziza itera ihinduka umurwi w’uruhande rumwe kandi uriko ucanishamwo abarundi. Agathon Rwasa atera afata ikibanza kinini kigiye kugora CNDD-FDD hamwe itohagarika iyi ngendo y’akarenganyo. 2. Ico ciyumviro gishasha ca Édouard Nduwimana gusigura ko FNL Rwasa itazoshobora gukora n’intonde z’abashingamateka mu ntara kuko umunywanyi wese wa Rwasa arigenga. Bisigura ko intara yose izokora urutonde rwayo ataho rufataniye nurwo muyindi ntara, rumwe rwose rugasabwa gushikana 2% ku rwego rw’igihugu kugira rushobore kuja mu nama nshingamateka. Ivyo kandi bikazoba gutyo no kuri Uprona ya Nditije. Ako karenganyo kabandanije gutyo kagiye guta igihugu mu kaga.  3. Ariko iyi ngendo y’ukuburabuza rwose Agathon Rwasa irimwo ubujuju bwinshi cane. Ku ruhande rumwe ituma ishusho ya Rwasa ihinduka cane, abarenganywa bose bakamwibonamwo. Amagorwa Agathon Rwasa ariko aracamwo asa n’ayabandi benshi batagira aho bavugira kuburyo abazotora Rwasa bazoba biyumvira cane cane guhana Petero Nkurunziza nabo bari kumwe. Kurundi ruhande, mukwerekana ko batinya cane Rwasa, bituma Abarundi babona ko ariwe munyapolitike akomeye kurusha abandi batavuga rumwe n’ubutegetsi. Nibaza ko igikorwa gihambaye ubu kiri kwa Agathon Rwasa. Harageze ko ava mu gihagararo c’umukuru w’umugambwe FNL yigorewe, agahinduka umuvigizi w’abarundi bose mu bibazo bibahanze, akagenda atanga cane cane ishusho y’Uburundi bw’inyuma ya Nkurunziza, akaboneka ko ashoboye gutwarira Abarundi bose atazohava akundwakaza bamwe nkuko twabibonye mu myaka ishize. Abarundi baratangaje kuko bakeneye “Sebarundi” mu gihe abategetsi twagiye turaronka bagumye baboneka nk’abakorera bamwe bagwanya abandi barundi. Ku bwanje CNDD-FDD yo nyene iriko iraha igikorwa gihambaye Agathon Rwasa.
ivyo Onesime Nduwimana yashikirije bishobora kumuhagama
Ngo habaye ukuvuguruzanya hagati ya Onesime nduwimana asanzwe avugira umugambwe CNDD FDD hamwe na Pascal Nyabenda asanzwe awutwara, ivyo Nyabenda akaba yabivugiye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 16 ntwarante. Ivyashikirijwe na Onesime Nduwimana ngo bishobora kuba vyavuye mu mutego w’abamenyeshamakuru nkuko vyabandanije bimenyeshwa n’umukuru w’umugambwe uri kubutegetsi i Bujumbura. Nayo Onesime ngo yari gukoresha ubwenge mu kubatuma kuwari yashikirije iryo jambo mu ntumbero yo kwisigura. Ariko ivyo yashikirije bikumvikana ko bishobora kumuhagama akanakurwa mu buvugizi bw’umugambwe nkuko vyasabwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi mu nama yarimwo kuri uyu wa gatandatu. Ariko naho bimeze uko Nyabenda we ntiyemeza kandi ntahakana ko ashobora gukurwa ahubwo we amenyesha ko atarashira umukono kuri urwo rwandiko. Mbega Rwoba ruhari? Mu gihe vyogenda uko hoba hakurikijwe amategeko? Wait and See
Umukuru w’umugambwe CNDD FDD ngo yabereye igihemu abo barikumwe mu nama
Kubwa bamwe ngo Umukuru w’umugambwe wa CNDD FDD Nyabenda Pascal yabereye igihemu abari bajanye nawe mu nama yari yahuje abatari bake bakomakomeye muri uwo mugambwe aho hari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 14 ntwarante mu nyubakwa zisanzwe zibamwo Pr. Petero nkurunziza. Ico bariko bayaga harimwo ikibazo c’ugusubira kandi kwitoza kw’umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre Nkurunziza. Mu makuru ikinyamakuru canyu gifise nuko uno mukuru w’umugambwe wa CNDD FDD mu nyuma y’isaha cumi n’imwe binjiye muri iyo nama Nyabenda Pascal akaba yahavuye ahindura ivyo yari yemereye abo vyarikumwe ko ata numwe yemerera umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ko yosubira kwitoza, ariko akubitiye ku gitsure c’Umukuru w’igihugu yahavuye asokora kuvyo yari yavuze. Mwibuke ikibazo carabiwe hamwe umwanya munini ari ikibazo kijanye n’ukwitoza kandi kw’umukuru w’igihugu c’uburundi canavuzweko ibitari bike nk’ukutaraba minenerwe ibijanye n’imyierekano ishobora kuba mu burundi yitabiriwe n’abandi nka bose bava mu mice itandukanye y’igihugu. Hakaba hemewe kuzoshirwa ahabona ku musi wa kabiri igenekerezo rya 17 ntwarante umurwi wo muri CNDD FDD uzoba ujejwe gutorera umuti ico kibazo.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibihuha ni vyinshi ku bagwaye ingwara ya coronavirus m’Uburundi
Kumbuga ngurukana bumenyi hariko haraca amakuru avuga ko m’Uburundi abagwayi bane boba bitavye Imana mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Bikavugwa kandi ko n’umukuru w’Inama nshingamateka nawene ari ku musego biturutse kur’iyo ngwara ya coronavirus yugarije isi yose.  Ayandi makuru nayo akavuga ko umupfasoni w’umukuru w’igihugu nawene yajanywe mu gihugu ca Kenya kwivuza iyo ngwara ibuza umuntu guhema harimwo n’ubushuhe. Abantu nabo bakaguma barungika ubutumwa ku mbuga ngurukana bumenyi bavuga imiti itandukanye yoshobora kuvura no gukinga iyo ngwara ya coronavirus. Ayo makuru rero akaba atarabeshuzwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu benshi bagiriza kutitaba kukamo baba batewe n’abagwayi bibonyeko ibimenyesto vya coronavirus. Inumero za telephone zatanzwe nyinshi zikaba zititaba. Ubwo bushikirangani bw’amagara y’abantu bukaba butaratanga inkuru zikwiye kurabo bagwayi bavugwa hamwe no kuriyo miti abantu bifashisha kugira bivure ingwara ya coronavirus.
Denise Nkurunziza yoba yajanwe muri Kenya kuvurwa Coronavirus
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba akandi yiteguriye gusohoka ku butegetsi, ariwe Denise Bucumi Nkurunziza, yajanwe mu gihugu ca Kenya inyuma yo kwandura umugera wa Coronavirus. Ibinyamakuru vya Kenya biremeza iyo nkuru ko Denise Nkurunziza yuriye indege ejo ku musi wa kane mwibanga ntangere ajanwe ku bitaro vyigenga biri muri kenya avurwe COVID-19. Ikinyamakuru kimwe kinavuga mbere ko nabakaozi bakorera ku kibuga c’indege ca Bujumbura batemerewe kwegera ku nyandiko za Bucumi Denise zo kuja muri Kenya.  Bikavurwa kandi ko yagiye ajanye n’aba garde-corps biwe batatu umwe muribo akaba yaranduye nawe uyo mugera wa Covid-19. Naho ayo makuru yagizwe ibanga ntangere, biraboneka ko ibinyamakuru vyo muri Kenya vyovyo vyaciye bibona icajanye Denise Bucumi mu gihugu ca Kenya ko ari ukwivuze Coronavirus. Umushiikiranganji Thadee Ndikumana naho yahakanye ko yagiye muri Kenya kwivuza Coronavirus ku wa 21 Rusama 2020, ibinyamakuru vya Kenya vyemeza ko yagiyeyo kwivuza Covid-19. Sources: 1. https://metropoltv.co.ke/2020/05/29/burundis-ex-first-lady-airlifted-to-kenya-after-contracting-covid-19/ 2. https://sonkonews.com/burundi-first-lady-airlifted-kenya-covid-19/ 3.https://citizentv.co.ke/news/burundi-first-lady-evacuated-to-kenya-after-contracting-covid-19-334094/
Abasenyeri bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020
Umugwi w’abasenyeri bo mu Burundi, CECAB, bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020.  CECAB ikabona ko naho amatora muri rusangi yabaye mu mutekano, hatabuze ibigenda nabi. CECAB iravuga ko hatabaye ugufata kumwe abakandida bahiganirwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu. “Turababajwe cane n’utunenge twinshi twabaye mu matora ku bijanye n’ubwigenge, umuco mu matora hamwe nukunganisha abahiganwe bose mu kubafata kumwe bitabaye”, niko Joachin Ntahondereye arongoye CECAB yamenyesheje. Ibindi abo basenyeri bavuga bitagenze neza mu matora ni uguhata abahagarariye amatora gusinya ku nzandiko za nyuma zivyavuye mu matora(proces verbaux, ugutora mu kibanza c’abapfuye hamwe n’impunzi hamwe no kuja gutorera abandi incuro nyinshi.  Ibindi umugwi w’abaseneyri uvuga ko bitagenze neza ni kuba hari abatora batoye incuro irenga imwe hamwe no kwirukana abari bahagarariye amatora bo mu mugambwe CNL nabandi hamwe no kubatera ubwoba bikozwe n’abategetsi batwara. Idini rya katolika mu Burundi rikaba ryari risanzwe rifitaniye umubano mubi na leta ya CNDD-FDD kuva mu matora yose yarenganye. Ubwo leta y’Uburundi iza kwishura gute kuri ibi birego vyashizwe ahabona na katolika?
#COVID-19: Umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye Coronavirus
Mu makuru ariko aca ku mbuga nguruakana bumenyi ataremezwa na leta y’Uburundi avuga ko umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye umugera wa Coronavirus. Mu makuru ashirwa ahabona n’ikinyamakuru SOS Media Burundi avuga ko umushikiramganji w’amagara y’Abantu, Thaddee Ndikumana, yoba yajanwe mu gihugu ca Kenya kugira avurwe mu buryo bwihuta kubera Coronavirus yoba yaranduye.  Aya makuru arahuye nayandi avugwa ko mu Burundi ubu hari abarwayi benshi ba Coronavirus naho leta y’Uburundi idashaka kubashira ahabona. Mu misi yahera harabaye iyirukanwa ry’abakozi bakorera Ishirahamwe ryitaho amagara y’Abantu mu Burundi,OMS, hakanavugwa ko hoba harabaye ukutabona kumwe kwa leta y’Uburundi ibijanye no kurwanya ikiza ca COVID-19 mu gihugu c’Uburundi. https://twitter.com/SOSMediasBDI/status/1265192155330547712?s=20 Abarundi baba mu gisagara ca Bujumbura na cane cane bobo barafise ubwoba cane kubera ico kiza bivugwa ko coba gikwiragiye mu bantu ariko kubera ibikoresho vyo gupima bidashika kuri bose ntibabimenye. Mu Burundi gushika ubu hamaze kwandura abantu COVID-19 bashika ku 42 mu barenga amajana atanu bamaze gupimwa mu gisagara ca Bujumbura gusa. Ariko rero , nta numwe mu Barundi baba mu gihugu hagati arigera apimwa umugera wa Coronavirus na cane abarundi baba ku mupaka uhana imbibe n’ibindi bihugu vyanduye cane nka Tanzania hamwe n’Uburundi.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ivy’umupira w’amaguru mu Burundi bibandanya biyangara…
Ivy’umupira w’amaguru mu Burundi bibandanya biyangara kubera ko muri aya mezi nk’angahe aheze Uburundi bwagumye butsidwa cane mu nkino z’umpira w’amaguru. Mu mahiganwa ya CECAFA, nahone ntivyoroshe kubera ko Uburundi buguma butsindwa cane, eka mbere no mu migwi y’abakenyezi kubera kubura indemesho no guterwa intege.  Umwemu bafana b’umupira w’Uburundi yaragize ico avuga kuri izi nkino za CECAFA ukuntu Uburundi buguma butsindwa. Soma kandi: Ukutumvikana: Bamwe babona ko umumenyereza w’intambamurugamba yotanga imihoho abandi siko babibona “Birababaje kubona Uburundi butsindwa n’igihugu nka Eritrea kiri mu kibanza ca 205  muri FIFA hama Uburundi nabwo bukaba buri ku kibanza ca 151, eka mbere n’igihugu c’Ubuganda ntigikomeye cane kudusumvya umupira ku buryo codustinda”, niko uwo mufana yavuze. Abafana nubu babadanya bata ishavu ku mumenyereza w’Intamba mu Rugamb, Olivier Niyungeko, batazira Mtombola, ko ataco ashoboye yotanga imihoho agasubirizwa n’uwundi abishoboye. Ariko rero, nabakinyi nabonyene barafise uruhara mu kuryohora uko boza baratsinda inkino zabo.
Umumenyereza w’Intamba m’Urugamba araremesha abarororezi
Olivier Niyungeko, umumenyereza mukuru w’Intamba m’Urugamba amenyesha ko bibaho gutsindwa kandi bishikira imirwi myinshi y’imipira y’amaguru kandi ikomeye cane kw’isi. Ivyo akaba yabivugiye mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kur’uyu wa mbere. Aho ni mugihe kumusi w’ejo kuwa kabiri Intamba m’Urugamba zizohura n’umurwi nserukira gihugu wa Maroc.  Ivyo akaba yabivuze kubibazo vy’abamenyeshamakuru aho babaza igituma umurwi nserukira gihugu Intamba m’Urugamba ziguma zitsindwa mu nkino nyinshi zimaze gukora. Olivier Niyungeko nawene yigeze gukina mu Ntamba m’Urugamba yamenyesheje ko n’ibihugu vyarutura mu mupira w’amaguru bihora bishika bikagera mu bihe bigoye ariko bakabandanya bubaka imirwi yabo. Asaba abarororezi kwizera no kurera kuvuga amajambo yo kwihebura. Urwo rukino ruzoba ejo ku mus iwa kabiri rukaba ruri mu mahiganwa yo gukurakuranamwo mu ntumbero yo gutora imirwi nserukira bihugu izoja guhiganirwa igikombe ca Afrika. Uburundi bukaba buheruka gutsindwa na Centrafrique mu gisagara ca Bangui. Benshi bakabona ko umurwi wa Maroc ukomeye gusumba Centrafrique abandi nabo bakizera ko umurwi nserukira gihugu w’Uburundi ushobora kuvyifatamwo neza.
Intamba m’Urugamba z’abakobwa zaryoheye abarundi
Mu gihe Intamba z’abahungu zimaze igihe zidatsindwa n’imirwi nserukira bihugu muri Afrika, Intamba z’abakobwa zatsinze izinga ya Zanzibar ikukira igihugu ca Tanzanira. Intamba m’Urugamba z’abakobwa zikaba zatsinze kandi bikomeye Zanzibar ibitsindo bitanu k’ubusa, bakaba bariko bakinira igikombe CECAFA.  Urwo rukino rukaba rwabereye mw’izinga Zanzibar kur’uyu wa gatandatu. Abakunzi b’umupira w’amaguru m’Uburundi bakaba baryohewe cane nkuko biboneka ku mbuga ngurukana bumenye haba kuri facebook, tweeter canke kuri whatsapp. Bakamenyesha kw’abo bakobwa bashoboye gusumvya abahungu bamaze igihe batsindwa bariko baraserukira Uburundi. Mwomenya ko kumusi wakabiri itariki 19 munyonyo uyu mwaka Intamba m’Urugamba z’abahungu zizohura na Maroc aha i Bujumbura, bakaba bariko barahiganwa kugira bazoje mu nkino zanyuma zizobera mu gihugu ca Cameroun mu mwaka wa 2021 aho hazobera inkino z’igikombe ca Afrika. Umumenyereza Olivier Niyungeko akaba ari mu yabira mu gihe aheruka gutsindirwa mu gihugu ca Centrafrika ibitsindo bibiri kuri kimwe hamwe n’igihugu ca Ouganda.  Ariko uyu mumenyereza akaba yarashikanye ubwambere Uburundi mu nkino za CAN2019 zabereye mu gihugu ca Misiri.
Ukutumvikana: Bamwe babona ko umumenyereza w’intambamurugamba yotanga imihoho abandi siko babibona
Inyuma yo gutsindwa n’igihugu ca Centrafrique ibitsindo bibiri ku busa, umumenyereza w’intamba mu rugamba, Olivier Niyungeko ntibigiye kumworohera. Hariko hibonekeza ukutumvikana mbere no mu betegetsi mu biro vy’umukuru w’igihugu ku kuntu Olivier Niyungeko atazirwa Mutombora ko yobandanya canke agatanga imihoho. Bamwe babona ko umumenyereza w’intambamurugamba yotanga imihoho abandi siko babibona.  Abo nabo batabona ibintu kumwe ni Renovat Sindayihebura na Willy Nyamitwe, bose bakora mu biro vy’umukuru w’igihugu. “Ku bwanje mbona ko Olivier Niyungeko yotanga imihoho, atari kubera ukubura ubuhinga ariko kubera kubura ivyamwa vyiza[mu mupira w’amaguru], niko Renovat Sindayihebura avuga. Ku bwivyo vya Renovat, Willy Nyamitwe nawe aca avuga ko adashigikiye ko Olivier Niyungeko yotanga imihoho. “Sinshigikiye iciyumviro cawe[Renovat Sindayihebura], nibaza ko Olivier Niyungeko abishoboye cane mu gikorwa ciwe[co kumenyereza umugwi w’intambamurugamba].….hariho ibindi biri inyuma y’ukwo gutsindwa…mbona ko leta yoshira uburyo bukwiye mu mupira w’amaguru hamwe no gushigikira abakinyi”, niko Willy Nyamitwe yishuye Renovat. Biragaragara ko ikurwa rya Olivier Niyungeko mu kumenyereza intamabamu rugamba ririko ryegereza ahubwo ko hasigaye gusa ukwumvikana hagati y’abamutwara. Wewe nawe ubona ko Olivier Niyungeko yotanga imihoho canke yobandanya? Un débat contradictoire au sein du système ? ! « Il ne faut jamais désespérer », dit-on ! #Burundi pic.twitter.com/LiXKD2eygj — Gilbert Bukeyeneza (@g_bukeyeneza) November 14, 2019
Intamba m’Urugamba zastinzwe n’igihugu ca RCA
Ibitsindo bibiri nivyo vinjinjwe n’umurwi nserukira gihugu ca Republika ya Centrafricaine kur’uyu wa gatatu aho bariko barakinira mu gisagara Bangui k’umurwa mukuru w’ico gihugu. Igihugu c’Uburundi kikaba kiriko kirahiganirwa kandi kuja mu mahiganwa yanyuma y’igikombe ca Afrika kizoba mu mwaka wa 2021. Uburundi bukaba buri mu murwi E urimwo ibihugu Maroc, Mauritanie na RCA.  Urukino ruzokwirikira rukazobera mu gisagara ca Bujumbura itariki 19 Munyonyo rukazohuza Uburundi na Maroc. Uburundi bukaba bwaheruka kuja mu mahiganwa yanyuma y’igikombe ca Afrika aheruka kuba mur’uno mwaka w’i 2019. Umumenyereza w’Intamba m’Urugamba, Olivier Niyungeko, akaba yari yaragize amahigwe arashikana Uburundi ubwambere mur’iryo higanwa ryanyuma.
Abakinyi 29 b’Intamba m’Urugamba batumweko
– avec Parfait Ndayisenga, David Blaugrana El Qatalogne et Jerry Seven Iteriteka.
Igihugu ca Algéria nico catwaye ikombe ca Afrika c’umupira w’amaguru
Kur’uyu wa gatanu niho haba urukino rwanyuma rw’igikombe ca Afrika c’umupira w’amaguru. Urwo rukino rukaba rwahuza igihugu ca Algérie n’igihugu ca Sénégal. Izo nkino zikaba zariko zibera mu gihugu ca Misiri. Abarundi bakaba benshi bari mu bubare abandi mu ngo zabo bariko barakurikina urwo rukino. Abarundi benshi bakaba bari bashigikiye umurwi wa Sénégal kuko ari abirabure nkabo.  Ariko vyaraboneka ko umurwi wa Algéria wari ukomeye cane n’abakinyi banyaruka cane kandi bakomeye. Igitsindo cambere c’igihugu ca Algéria cagiye kuboneka mu minota yambere ine. Umukinyi Baghdad Benoudjah akaba ariwe yacinjije. Umurwi wa Sénégal ukaba waragerageje gutsinda igitsindo kugira banganye ariko ntivyari vyoroshe kuko umurwi wa Algéria wari wazibiye hose. Igihugu ca Algéria rero akaba ari ubwakabiri gitwaye ico gikombe ca Afrika c’umupira w’amaguru. Igihugu ca Sénégal naco akaba ari ubwa kabiri gishika m’urukino rwanyuma rwa CAN ariko ntitware ico gikombe. Abanyagihugu ba Sénégal bakaba barashimiye umurwi wabo bakavuga ko bagerageje kuvyifatamwo neza.
Icegera c’umukuru wa FFB arafunzwe yagirizwa kunyuruza agashirukabute k’abakinyi.
Icegera c’umukuru wa FFB Burundi arafunzwe yagirizwa kunyuruza agashirukabute k’abakinyi b’Intamba mu Rugamba baheruka gukinira mu nkino z’igikombe cca Afrika mu Misiri. Iyo nkuru ikaba yatangajwe n’Iradiyo y’Abongereza BBC. Uyo afunzwe akaba ari Habimana Aimable yafunganywe hamwe n’abandi bakozi bandi ba FFB mu matohoza ku mahera y’agashirukabaute y’intamba mu rugamba yanyurujwe. Nk’uko vyavuzwe na BBC, Habimana Aimable uzwi ku rindi zina nka Marandura, afunzwe guhera ku wa Gatandatu, aho ariko akorwaho iperereza kw’ibura ry’ayo mafaranga y’gashirukabaute ku bakinyi  bagiye mu Misiri mu gikombe ca Afrika.  BBC ikongera ikavuga kandi ko ayo mafaranga y’agashirukabute atashirikiriye bose mu bakinyi, nk’uko FFB ibishira ahabona. BBC yabwiwe ko Habimana Aimable ari mu bategetsi bari bajejwe gutanaga ayo mafaranga ku bakinyi. Mwomenya ko Uburundi nabwo bwatashe uko buva mu Misiri ata n’igitsindo na kimwe butsinze maze busezera amahiganwa gutyo.
Intamba m’urugamba zaraye zisezereye amahiganwa ya CAN2019
Aho ni nyuma yo gistindwa bibiri kubusa n’igihugu ca Guinée kur’uyu w’Imana. Aho naho Uburundi bwari bwizeye gutahukana itsinzi kugira bushobore gutorwa mu bazoja mugice c’umunani ca final. Ariko basanze igihugu ca Guinée atarico guta mu ndasa naco cari citeguye.    Intamba m’urugamba zikaba rero zivuyeyo atagitsindo zinjije kandi atarukino zitsinze. Reverien Ndikuriyo, umukuru w’umupira w’amaguru m’Uburundi, kur’urubuga rwiwe rwa facebook yamenyesheje ko urugendo rw’Intamba m’Urugamba rugarukiye aho kur’uyu w’Imana. Arashimira abafashije bose kugira inkino zigende neza. Aramenyesha ko bagiye gukomeza inkino z’abakiri bato mu ntumbero yo kwitegurira neza ayandi mahiganwa mpuzamakungu. Akaba kandi yaremereye ayandi mahera yarasigaye y’abakinyi b’Intamba m’Urugamba angana n’imiliyoni zitanu umwe umwe.
Pasteur Modeste yamenyesheje ko Uburundi buza gutsinda Guinée
Inyuma yaho pateur Modeste afatiwe akirukanwa m’Uburundi mu gihe yari yavuze ko Intamba mu Rugamba zitamuhaye amafaranga zitazokina inkino zanyuma za CAN 2019 kandi atarukino narumwe bazotsinda, ubu naho yamenyesheje ko r’uyu w’Imana.  Pasteur Modeste aramenyesha ko hari abakinyi bashika batatu batashitse muri CAN kandi ko atarukino narumwe baratsinda. Kur’ubuga rwiwe facebook arashimira abakinyi bamwe bamwe baganiriye nka Saido Berahino na Fiston Abdoul Razak. Kur’ubwo rero ngo arasaba ko yosubizwa mu gihugu ciwe c’amavukiro agasubizwa igitabo c’inzira hamwe n’iyugururwa ry’ishengero ryiwe. Ariko aramenyesha ko ivyo avuga atariwe avyigirira. Ubwo buvugushwa mubugako iki ?
Umumenyereza w’Intamba mu Rugamba avuga ko abakinyi biwe bitanze
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru b’iradiyo  BBC  y’abongereza, umumenyereza Olivier Niyungeko yamenyesheje ubushuhe buri mu gihugu ca Missiri ari intambamyi ku bakinyi aho baca baruha ningonga. Olivier Niyungeko batazira Mutombola amenyesha ko abonye uwunaniwe aca amusubiriza kubera ubwo bushuhe nyene.  Umumenyereza w’Intamba mu Rugamba akavuga ko abakinyi biwe bitanze cane murukino rwabahuje na Madagascar kur’uyu wa kane naho itsinzi itabonetse. U Burundi na Madagascar akaba aribwo bwambere binjiye mu mahiganwa ya nyuma ya CAN. U Burundi bukaba busigaje gukina kur’uyu w’Imana na Guinée Conakry, Olivier Niyungeko akavuga ko intumbero ari gutsinda urwo rukino canke bakanganya. Aho U Burundi bushobora gutorwa mu bihugu bitatsinzwe ibitsindo vyinshi maze U Burundi bukinjira mu gice gikwirikira.
Uburundi buraza kw’ipima n’igihugu ca Tunisia mur’ukino kivandimwe
Urwo rukino rukaza gutangura igihe c’isaha zibiri zijoro n’iminota 15 mu gihugu ca Tunisia kur’uyu wambere. Urwo rukino rukaba arurwo kwitegurira ihiganwa ry’igikombe ca Afrika c’umupira w’amaguru kizotangura mu misi ine gusa nukuva itariki 21 ruheshi mu gihugu ca Misiri.  Mur’urukino ruheruka na rwonyene rwa kivandimwe gwo kwimenyereza rwahuje Intamba m’urugamba n’igihugu ca Algérie, ivyo bihugu vyompi vyaranganije igitsindo kimwe ku kindi. Bikaba vyaratangaje cane abarororezi bo mu gihugu ca Algérie. Aho ni mu gihe igihugu ca Nigéria caraye gitsinzwe n’igihugu ca Sénégal m’urukino rwo kwimeyereza na ho nyene. Ico gihugu ca Nigéria kikaba arico gihugu cambere kizohura n’Uburundi m’urukino rwa mbere Intamba m’urugamba ruzokina mw’ihiganwa CAN 2019 hazoba ari itariki 22 ruheshi 2019. Urutonde rw’abakinyi baza gukina kur’uno mugoroba bakaba bari kiriki gicapo.
Uburundi buraza kwipima na Algérie mu kwitegurira CAN2019
Urwo rukino rukaza kuba kur’uyu wakabiri igihe c’isaha 18 amasaha y’i Bujumbura mu gihugu ca Qatar aho Intamba m’Urugamba zagiye kwimenyereza. Umumenyereza w’Intamba m’Urugamba Alain Olivier Niyungeko nawe akaba yasohoye urutonde rw’abakinyi 23 bazokina mw’ihiganwa CAN 2019 ryimirije itariki 21 ruheshi 2019.   Abanyegori
——————
NAHIMANA Jonathan
NDIKUMANA Justin
ARAKAZA Mac Arthur Abakina inyuma
——————–
Moussa Omar
NDUWARUGIRA Christophe
NIZIGIYIMANA Abdoul Karim
NSABIYUMVA Frédéric
NGANDO Omar
NSHIMIRIMANA David Abakina hagati \ ————-
KWIZERA Pierre
BIGIRIMANA Gael
DUHAYINDAVYI Gaël
NAHIMANA Shassiri
SABUMUKAMA Enock
MUSTAFA Francis Abasatirizi
——————–
SHABANI Hussein
AMISSI Mohammed
NDIKUMANA Yamini Selemani
AMISSI Cédric
BERAHINO Saido
Abdoul Fiston
MAVUGO Laudit
KAMSOBA Elvis Mwomenya ko Uburundi buzokina ubwambere muri CAN 2019 n’igihugu ca Nigéria itariki 22 ruheshi, ico gihugu naco caranganije n’igihugu ca Zimbabwe m’urukino rwo kwimenyereza rwabaye kur’uyu wa gatandatu.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibihuha ni vyinshi ku bagwaye ingwara ya coronavirus m’Uburundi
Kumbuga ngurukana bumenyi hariko haraca amakuru avuga ko m’Uburundi abagwayi bane boba bitavye Imana mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Bikavugwa kandi ko n’umukuru w’Inama nshingamateka nawene ari ku musego biturutse kur’iyo ngwara ya coronavirus yugarije isi yose.  Ayandi makuru nayo akavuga ko umupfasoni w’umukuru w’igihugu nawene yajanywe mu gihugu ca Kenya kwivuza iyo ngwara ibuza umuntu guhema harimwo n’ubushuhe. Abantu nabo bakaguma barungika ubutumwa ku mbuga ngurukana bumenyi bavuga imiti itandukanye yoshobora kuvura no gukinga iyo ngwara ya coronavirus. Ayo makuru rero akaba atarabeshuzwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu benshi bagiriza kutitaba kukamo baba batewe n’abagwayi bibonyeko ibimenyesto vya coronavirus. Inumero za telephone zatanzwe nyinshi zikaba zititaba. Ubwo bushikirangani bw’amagara y’abantu bukaba butaratanga inkuru zikwiye kurabo bagwayi bavugwa hamwe no kuriyo miti abantu bifashisha kugira bivure ingwara ya coronavirus.
Denise Nkurunziza yoba yajanwe muri Kenya kuvurwa Coronavirus
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba akandi yiteguriye gusohoka ku butegetsi, ariwe Denise Bucumi Nkurunziza, yajanwe mu gihugu ca Kenya inyuma yo kwandura umugera wa Coronavirus. Ibinyamakuru vya Kenya biremeza iyo nkuru ko Denise Nkurunziza yuriye indege ejo ku musi wa kane mwibanga ntangere ajanwe ku bitaro vyigenga biri muri kenya avurwe COVID-19. Ikinyamakuru kimwe kinavuga mbere ko nabakaozi bakorera ku kibuga c’indege ca Bujumbura batemerewe kwegera ku nyandiko za Bucumi Denise zo kuja muri Kenya.  Bikavurwa kandi ko yagiye ajanye n’aba garde-corps biwe batatu umwe muribo akaba yaranduye nawe uyo mugera wa Covid-19. Naho ayo makuru yagizwe ibanga ntangere, biraboneka ko ibinyamakuru vyo muri Kenya vyovyo vyaciye bibona icajanye Denise Bucumi mu gihugu ca Kenya ko ari ukwivuze Coronavirus. Umushiikiranganji Thadee Ndikumana naho yahakanye ko yagiye muri Kenya kwivuza Coronavirus ku wa 21 Rusama 2020, ibinyamakuru vya Kenya vyemeza ko yagiyeyo kwivuza Covid-19. Sources: 1. https://metropoltv.co.ke/2020/05/29/burundis-ex-first-lady-airlifted-to-kenya-after-contracting-covid-19/ 2. https://sonkonews.com/burundi-first-lady-airlifted-kenya-covid-19/ 3.https://citizentv.co.ke/news/burundi-first-lady-evacuated-to-kenya-after-contracting-covid-19-334094/
Abasenyeri bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020
Umugwi w’abasenyeri bo mu Burundi, CECAB, bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020.  CECAB ikabona ko naho amatora muri rusangi yabaye mu mutekano, hatabuze ibigenda nabi. CECAB iravuga ko hatabaye ugufata kumwe abakandida bahiganirwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu. “Turababajwe cane n’utunenge twinshi twabaye mu matora ku bijanye n’ubwigenge, umuco mu matora hamwe nukunganisha abahiganwe bose mu kubafata kumwe bitabaye”, niko Joachin Ntahondereye arongoye CECAB yamenyesheje. Ibindi abo basenyeri bavuga bitagenze neza mu matora ni uguhata abahagarariye amatora gusinya ku nzandiko za nyuma zivyavuye mu matora(proces verbaux, ugutora mu kibanza c’abapfuye hamwe n’impunzi hamwe no kuja gutorera abandi incuro nyinshi.  Ibindi umugwi w’abaseneyri uvuga ko bitagenze neza ni kuba hari abatora batoye incuro irenga imwe hamwe no kwirukana abari bahagarariye amatora bo mu mugambwe CNL nabandi hamwe no kubatera ubwoba bikozwe n’abategetsi batwara. Idini rya katolika mu Burundi rikaba ryari risanzwe rifitaniye umubano mubi na leta ya CNDD-FDD kuva mu matora yose yarenganye. Ubwo leta y’Uburundi iza kwishura gute kuri ibi birego vyashizwe ahabona na katolika?
#COVID-19: Umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye Coronavirus
Mu makuru ariko aca ku mbuga nguruakana bumenyi ataremezwa na leta y’Uburundi avuga ko umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye umugera wa Coronavirus. Mu makuru ashirwa ahabona n’ikinyamakuru SOS Media Burundi avuga ko umushikiramganji w’amagara y’Abantu, Thaddee Ndikumana, yoba yajanwe mu gihugu ca Kenya kugira avurwe mu buryo bwihuta kubera Coronavirus yoba yaranduye.  Aya makuru arahuye nayandi avugwa ko mu Burundi ubu hari abarwayi benshi ba Coronavirus naho leta y’Uburundi idashaka kubashira ahabona. Mu misi yahera harabaye iyirukanwa ry’abakozi bakorera Ishirahamwe ryitaho amagara y’Abantu mu Burundi,OMS, hakanavugwa ko hoba harabaye ukutabona kumwe kwa leta y’Uburundi ibijanye no kurwanya ikiza ca COVID-19 mu gihugu c’Uburundi. https://twitter.com/SOSMediasBDI/status/1265192155330547712?s=20 Abarundi baba mu gisagara ca Bujumbura na cane cane bobo barafise ubwoba cane kubera ico kiza bivugwa ko coba gikwiragiye mu bantu ariko kubera ibikoresho vyo gupima bidashika kuri bose ntibabimenye. Mu Burundi gushika ubu hamaze kwandura abantu COVID-19 bashika ku 42 mu barenga amajana atanu bamaze gupimwa mu gisagara ca Bujumbura gusa. Ariko rero , nta numwe mu Barundi baba mu gihugu hagati arigera apimwa umugera wa Coronavirus na cane abarundi baba ku mupaka uhana imbibe n’ibindi bihugu vyanduye cane nka Tanzania hamwe n’Uburundi.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ivy’umupira w’amaguru mu Burundi bibandanya biyangara…
Ivy’umupira w’amaguru mu Burundi bibandanya biyangara kubera ko muri aya mezi nk’angahe aheze Uburundi bwagumye butsidwa cane mu nkino z’umpira w’amaguru. Mu mahiganwa ya CECAFA, nahone ntivyoroshe kubera ko Uburundi buguma butsindwa cane, eka mbere no mu migwi y’abakenyezi kubera kubura indemesho no guterwa intege.  Umwemu bafana b’umupira w’Uburundi yaragize ico avuga kuri izi nkino za CECAFA ukuntu Uburundi buguma butsindwa. Soma kandi: Ukutumvikana: Bamwe babona ko umumenyereza w’intambamurugamba yotanga imihoho abandi siko babibona “Birababaje kubona Uburundi butsindwa n’igihugu nka Eritrea kiri mu kibanza ca 205  muri FIFA hama Uburundi nabwo bukaba buri ku kibanza ca 151, eka mbere n’igihugu c’Ubuganda ntigikomeye cane kudusumvya umupira ku buryo codustinda”, niko uwo mufana yavuze. Abafana nubu babadanya bata ishavu ku mumenyereza w’Intamba mu Rugamb, Olivier Niyungeko, batazira Mtombola, ko ataco ashoboye yotanga imihoho agasubirizwa n’uwundi abishoboye. Ariko rero, nabakinyi nabonyene barafise uruhara mu kuryohora uko boza baratsinda inkino zabo.
Umumenyereza w’Intamba m’Urugamba araremesha abarororezi
Olivier Niyungeko, umumenyereza mukuru w’Intamba m’Urugamba amenyesha ko bibaho gutsindwa kandi bishikira imirwi myinshi y’imipira y’amaguru kandi ikomeye cane kw’isi. Ivyo akaba yabivugiye mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kur’uyu wa mbere. Aho ni mugihe kumusi w’ejo kuwa kabiri Intamba m’Urugamba zizohura n’umurwi nserukira gihugu wa Maroc.  Ivyo akaba yabivuze kubibazo vy’abamenyeshamakuru aho babaza igituma umurwi nserukira gihugu Intamba m’Urugamba ziguma zitsindwa mu nkino nyinshi zimaze gukora. Olivier Niyungeko nawene yigeze gukina mu Ntamba m’Urugamba yamenyesheje ko n’ibihugu vyarutura mu mupira w’amaguru bihora bishika bikagera mu bihe bigoye ariko bakabandanya bubaka imirwi yabo. Asaba abarororezi kwizera no kurera kuvuga amajambo yo kwihebura. Urwo rukino ruzoba ejo ku mus iwa kabiri rukaba ruri mu mahiganwa yo gukurakuranamwo mu ntumbero yo gutora imirwi nserukira bihugu izoja guhiganirwa igikombe ca Afrika. Uburundi bukaba buheruka gutsindwa na Centrafrique mu gisagara ca Bangui. Benshi bakabona ko umurwi wa Maroc ukomeye gusumba Centrafrique abandi nabo bakizera ko umurwi nserukira gihugu w’Uburundi ushobora kuvyifatamwo neza.
Intamba m’Urugamba z’abakobwa zaryoheye abarundi
Mu gihe Intamba z’abahungu zimaze igihe zidatsindwa n’imirwi nserukira bihugu muri Afrika, Intamba z’abakobwa zatsinze izinga ya Zanzibar ikukira igihugu ca Tanzanira. Intamba m’Urugamba z’abakobwa zikaba zatsinze kandi bikomeye Zanzibar ibitsindo bitanu k’ubusa, bakaba bariko bakinira igikombe CECAFA.  Urwo rukino rukaba rwabereye mw’izinga Zanzibar kur’uyu wa gatandatu. Abakunzi b’umupira w’amaguru m’Uburundi bakaba baryohewe cane nkuko biboneka ku mbuga ngurukana bumenye haba kuri facebook, tweeter canke kuri whatsapp. Bakamenyesha kw’abo bakobwa bashoboye gusumvya abahungu bamaze igihe batsindwa bariko baraserukira Uburundi. Mwomenya ko kumusi wakabiri itariki 19 munyonyo uyu mwaka Intamba m’Urugamba z’abahungu zizohura na Maroc aha i Bujumbura, bakaba bariko barahiganwa kugira bazoje mu nkino zanyuma zizobera mu gihugu ca Cameroun mu mwaka wa 2021 aho hazobera inkino z’igikombe ca Afrika. Umumenyereza Olivier Niyungeko akaba ari mu yabira mu gihe aheruka gutsindirwa mu gihugu ca Centrafrika ibitsindo bibiri kuri kimwe hamwe n’igihugu ca Ouganda.  Ariko uyu mumenyereza akaba yarashikanye ubwambere Uburundi mu nkino za CAN2019 zabereye mu gihugu ca Misiri.
Ukutumvikana: Bamwe babona ko umumenyereza w’intambamurugamba yotanga imihoho abandi siko babibona
Inyuma yo gutsindwa n’igihugu ca Centrafrique ibitsindo bibiri ku busa, umumenyereza w’intamba mu rugamba, Olivier Niyungeko ntibigiye kumworohera. Hariko hibonekeza ukutumvikana mbere no mu betegetsi mu biro vy’umukuru w’igihugu ku kuntu Olivier Niyungeko atazirwa Mutombora ko yobandanya canke agatanga imihoho. Bamwe babona ko umumenyereza w’intambamurugamba yotanga imihoho abandi siko babibona.  Abo nabo batabona ibintu kumwe ni Renovat Sindayihebura na Willy Nyamitwe, bose bakora mu biro vy’umukuru w’igihugu. “Ku bwanje mbona ko Olivier Niyungeko yotanga imihoho, atari kubera ukubura ubuhinga ariko kubera kubura ivyamwa vyiza[mu mupira w’amaguru], niko Renovat Sindayihebura avuga. Ku bwivyo vya Renovat, Willy Nyamitwe nawe aca avuga ko adashigikiye ko Olivier Niyungeko yotanga imihoho. “Sinshigikiye iciyumviro cawe[Renovat Sindayihebura], nibaza ko Olivier Niyungeko abishoboye cane mu gikorwa ciwe[co kumenyereza umugwi w’intambamurugamba].….hariho ibindi biri inyuma y’ukwo gutsindwa…mbona ko leta yoshira uburyo bukwiye mu mupira w’amaguru hamwe no gushigikira abakinyi”, niko Willy Nyamitwe yishuye Renovat. Biragaragara ko ikurwa rya Olivier Niyungeko mu kumenyereza intamabamu rugamba ririko ryegereza ahubwo ko hasigaye gusa ukwumvikana hagati y’abamutwara. Wewe nawe ubona ko Olivier Niyungeko yotanga imihoho canke yobandanya? Un débat contradictoire au sein du système ? ! « Il ne faut jamais désespérer », dit-on ! #Burundi pic.twitter.com/LiXKD2eygj — Gilbert Bukeyeneza (@g_bukeyeneza) November 14, 2019
Intamba m’Urugamba zastinzwe n’igihugu ca RCA
Ibitsindo bibiri nivyo vinjinjwe n’umurwi nserukira gihugu ca Republika ya Centrafricaine kur’uyu wa gatatu aho bariko barakinira mu gisagara Bangui k’umurwa mukuru w’ico gihugu. Igihugu c’Uburundi kikaba kiriko kirahiganirwa kandi kuja mu mahiganwa yanyuma y’igikombe ca Afrika kizoba mu mwaka wa 2021. Uburundi bukaba buri mu murwi E urimwo ibihugu Maroc, Mauritanie na RCA.  Urukino ruzokwirikira rukazobera mu gisagara ca Bujumbura itariki 19 Munyonyo rukazohuza Uburundi na Maroc. Uburundi bukaba bwaheruka kuja mu mahiganwa yanyuma y’igikombe ca Afrika aheruka kuba mur’uno mwaka w’i 2019. Umumenyereza w’Intamba m’Urugamba, Olivier Niyungeko, akaba yari yaragize amahigwe arashikana Uburundi ubwambere mur’iryo higanwa ryanyuma.
Gianni Infantino yongeye kwizigirwa ngo arongoye ishirihamwe FIFA
Ayo matora akaba yabaye kur’uyu wa gatatu akaba yabaye mu gukoma amashi nkuko amategeko avyemera. Gianni Infantini akaba yahiganwa wenyene mur’iyo nama ya FIFA igira 69 yabere mu gisagara ca Paris mu gihugu c’Ubufaransa. Akazotwara iryo shirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi yose gushika mu mwaka w’a 2023.  Gianni Infantino akaba yatanguye gutwara FIFA mu mwaka wa 2016 asubiriye Sepp Blatter yagirizwa kurya ruswa mur’iryo shirahamwe. Ivyatumye asubira kwizigirwa akaba arukubera yatunganije neza cane atangorane zihabaye ihiganwa ry’Igikombe c’isi yose m’Uburusiya cabaye mu mwaka wa 2018, akaba yarazanye amakamera kugira abasifuzi baze bararaba ko batihenze mu guhagarikira inkino, akaba kandi yaragwanije ruswa bimwe biboneka mw’ishirahamwe FIFA, amahera FIFA nayo yinjiza akaba yariyongereye ava ku miliyaridi 4,6 aja ku miliyaridi 6,4 y’amadolari y’abanyamerika. Amashirahamwe 211 y’umupira w’amaguru kw’isi akaba yaramwemeje yose. Imigambi nayo afise ngo n’ugushiramwo abakenyezi mur’iryo shirahamwe aho bavuye kubice 4 kw’ijana baja kubice 20 kw’ijana, akaba kandi yifuza kongereza imirwi nserukira b’ibihugu izohiganirwa Igikombe c’isi yose ikava ku 32 ikaja ku 48.
Leta yahavuye iriha igice ca fagitire kugira barekurwe.
Inyuma y’idwi zirenga zibiri abakinyi ba boxe b’Uburundi bafungiwe muri Hoteli mu gihugu ca Gabon kubera kubura amafaranga yo kuriha ihoteli, leta y’Uburundi ikaba yahagurukiye ico kibazo maze irariha igice c’ayo mafaranga yabwirizwa kuriha. Abo bene Burundi bakaba basabwa kuriha amafaranga ashika ku 10 000 USD(hafi imiliyoni 30 mu mfaranaga y’amarundi).  Ikinyamakuru Jimbere kikaba kimenyesha iyo nkuru y’umunezero ku Barundi n’abarundikazi bari bamaze imisi biyumvira abo bene Burundi bari baheze muri Gabon. 🛬 "Nous atterissons sur #Bujumbura le 06 juin", précise Eric Ndayishimiye, président de la fédération de #boxe du #Burundi pic.twitter.com/JhGkSYXqTg — Jimbere (@JimbereMag) June 4, 2019  Umukuru w’ishirahamwe rya Boxe mu Burundi, Eric Ndayishimiye, yamenyesheje ko ‘leta y’Uburundi yarishe igice c’amafaranga yasabwa kuriha ihoteli’. Eric Ndayishimiye aca amenyesha ko ikindi gice c’amafaranga kizokwirwako n’ishirahamwe arongoye hamwe n’ishirahmwe rya Gabon muri boxe’. Bikaba vyitezwe ko abo bene Burundi bazoshika i Bujumbura mu Burundi ku wa 4 itariki 06 Ruheshi, 2019, nk’uko Eric yabimenyesheje.
Abakinyi b’urukino rwo guterana ingumu nubu ntibaratahukanwa
Aba bakinyi b’urukino rwo guterana ingumu uko bashika batanu ntibarashobora kuvanwa mu gihugu ca Gabon haraheze imisi 16 ihiganwa bagiyemwo rirangiye. Bakaba baribagiye baserukira Uburundi mw’ihiganwa rya Afrika ry’urukino bita boxe rwo gukubitana ingumu. Mubisanzwe bakaba bari kugenda ari abakinyi 11 abo batanu bakaba barihiwe itike y’indege n’ishirahamwe ry’urukino rwa boxe m’Uburundi.  Banyene ihoteli bakavuga ko badashobora kurekura aba bakinyi 11 bandikishijwe batarishe amafaranga y’ihoteli nivyo bafunguye. Ayo mafaranga ubu akaba ageze ku bihumbi 11 vy’amadolari y’abanyamerika mugihe urukino rukirangira ayo mahera yangana ibihumbi 4900 vy’amahera y’abanyamerika. Amakuru ava mu gihugu ca Gabon akavuga ko abo bakinyi babayeho nabi kuko badafungurigwa uko bikwiye narirya fagitire iguma iduga. Ubushikiranganji bw’inkino n’imicokama bukaba ataco buravuga kur’ico kibazo ariko bakavuga ko bakizi. Eric Ndayishimiye akaba yavuze kw’iradiyo y’abongereza BBC ko ubushikiranganji bw’inkino n’imicokama bwari bwabahaye icizere co gutahukanwa. Abaserukira Uburundi nabo mu gihugu ca Gabon bakaba barabuze uko bokemura ico kibazo bakavuga ko bobarihira ayo mahera muga ko batazi ko bazoyasubizwa nkuko amakuru ava Libreville abivuga.
Intamba mu Rugamba zizogenda mu bihugu vy’abarabu kur’uyu w’Imana
Mur’urukino rwahuje Intamba mu rugamba kur’uyu wagatanu Intamba mu rugamba zastinze ibitsindo bibiri kuri kimwe ca Aigle Noir. Igitsindo cambere kikaba cinjijwe na Cedrik Hamissi kumunota w’indwi, icakabiri cinjizwe na Saido Berahino kumunota wa 42. Saido Berahino akaba ariwe yatowe kuba capitaine w’umurwi serukira gihugu w’Uburundi Intamba mu rugamba. Igitsindo ca Aigle Noir kikaba catsinzwe na Vyamungu Raoul igice cakabiri gitanguye.  Coach Alain Olivier Niyungeko akaba yamenyesheje ko atanezerejwe niyo tsinzi kuko abakinyi bafashe minenerwe urwo rukino, ati ariko vyamfashije kubona aho duhobahoba tukazoca tuhakosora mu nkino zizokurikira. Umurwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba Intamba mu rugamba ukazoca uja mu gihugu ca Quatar kur’uyu w’Imana.  Inkino za CAN 2019 zikazotangura Intamba mu rugamba zikori mu bihugu vy’abarabu. Abaririmvyi bakaba batari batanzwe gushigikira Intanba mu rugamba aho twovuga nka Hypax, Vichou Love, MB Data na Natacha. Amashirahamwe y’ubudandaji nayo nyene akaba yagumye aterera umuganda mukuronsa uburyo abakinyi aha twovuga nka CAMEBU, INSP, New Oil na Alpha Group. Abaserukiye amadini ya Catholika, Islam na Protestante basabiye imigisha abo bakinyi bagiye guserukira Uburundi muri Egiputa abandi bita Misiri.
Ibintu bizoba bishushe itariki 31 rusama umusi bitiriye ‘’Intamba Day’’
Abakinyi b’umupira w’amaguru batowe ngo bazoje guserukira igihugu mw’ihiganwa rya Afrika ry’umupira w’amaguru CAN 2019 barabandanya gushika. Aha twovuga nka Enock Sabumukama, David Nshimirimana bakina mu gihugu ca Zambie, Elvis Kansoba akina mu gihugu ca Australie, umusatirizi Fiston Abdul Razak akinira mu gihugu ca Algerie, umunyegori Jonathan Nahimana akinira mu gihugu ca Tanzaniya n’abandi.      Abakinyi barenga mirongo ibiri  b’Intamba mu Rugamba muri 28 batowe baramaze gushika kwimenyereza bitegurira guhiganwa n’ibindi bihugu vyashoboye gushika mu gice canyuma c’ihiganwa CAN 2019. Batanu muribo akaba ari bashasha bazanywe baravye ubunonotsi bwabo. Kur’uyu wagatanu itariki 31 rusama kukibuga c’umupira citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore, intamba mu Rugamba zikazotana mu mitwe n’umurwi Aigle Noir y’i Makamba murukino rwo kwimenyereza no gutororokanya uburyo kubashaka guterere Intamba mu Rugamba. Uwo musi ukaba wiswe Intamba Day aho itike ryo guterere Intamba mu Rugamba rizogurwa ibihumbi 5000 vy’amahera y’amarundi. Eka n’abaririmvyi ntibatanzwe kuza gushigikira Intamba mu Rugamba. Abaririmyi nka Vichou, Natacha, umurwi ndangakaranga Amagaba bakaba bamaze kumenyesha ko ariho bazoba bari kukibuga c’umupira w’amaguru Prince Louis Rwagasore. Uwo musi hakazoba n’amasengesho yo gusabira imigisha Intamba mu Rugamba mugihe bazoshika muri Misiri muri CAN 2019.
Umukinyi w’umurundi, Saido Berahino, yirukanwe muri Stoke City.
Umukinyi w’umurundi akongera akaba akinira mu gihugu c’Ubwongereza mu mugwi wa Stoke City, yirukanwe muri uyi mugwi kubera amakosa yagirizwa yo kunyonga imodoka ariko aranywa inzoga. Nk’uko bivugwa na Sky Sports yasubiwemwo na The Standard, uwo mukinyi w’umurundi yafatiwe iyo ngingo inyuma yaho Saido Berahino yankiwe uruhusha rwo gusubira kunyonga imodoka hamwe no gucibwa amande yama pound 75 000£(hafi amarundi imiliyoni 300).  Saido Berahino akaba yari agifitaniye amasezerano na Stoke City gushika mu mwaka wa 2022, ariko ayo masezerano akaba yaciye afutwa. Isoko ry’iyi nkuru rikamenyesha ko Saido Berahino ariko yiyumvira ivyo kwitwarira mu butungane uwo mugwi wa Stoke City. Saido Berahino akaba yitezwe gukinira Uburundi mu nkino buca zitangura muri Egypt mu gikombe ca Africa aho Uburundi buzoba bwitavye izo nkino aribwo bwa mbere.
Abakinyi baserukiye Uburundi m’urukino boxe n’ubu ntibaragaruka
Mu gihe baheza inkino itariki 18 rusama, abakinyi bakina urukino rwo guterana ingumu boxe ntibaragaruka aho bari bagiye mu gihugu ca Gabon guserukira Uburundi mu nkino za Afrika. Ihoteri bari bafashe yaciye ibafata bababwira ko batahava batarishe amahera bakoresheje y’ivyumba nivyo bafunguye uko ari 11 ariko hakaba hagiye batanu gusa barihiwe itike n’ishirahamwe rya boxe mu Burundi.  Abo banonotsi bakaba rero bamaze imisi itanu bataragaruka. Bakaba bategerezwa kuriha amadolari hafi 4900 y’amanyamerika. Ubu ayo mahera aguma yiyongerako uko imisi ihera nkuko bimenyeshwa n’abo bakinyi. M’ubushikiranganji bwo kwinonora imisti n’imicokama bavuga ko ico kibazo bakizi bariko baragikurikirana ariko bigaragara ko ivyi bitari bwashike mu nkino zo mu Burundi. Abatavuga rumwe na leta bakavuga ko ivyo vyonona izina ry’igihugu. Ivyo vyiyongera kubasirikare bagiye kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ca Somaliya nabo nyene barindiriye gutaha barabura haraheze hafi ukwezi bakaba barindiriye indege ibatahana irihwa amahera y’amadolari. Iryo kena ry’amahera y’agaciro riribonekeza no mu mazu bayadandarizamwo mu Burundi aho yaduze biboneka kuko yakenye. Idolari rikaba rigurwa 3000 vy’amarundi ryahora rigurwa 2700, ifaranga ry’abanyaburayi naryo rigurwa 3330 ryahora rigurwa 3000 y’amahera y’amarundi. Ingaruka mbi nazo zica zibonekeza kubaja kurangura hanze imiti n’ibitoro n’ibikoresho bakoramwo ibinyobwa vya Brarudi aho bica bikena bikaduga ibiciro cane.
Amashirahamwe 9 niyo yaterereye Intamba mu Rugamba
Ayo mashirahamwe ni SOSUMO yatanze imiliyoni 5 z’amarundi, Imena Soma Usubire yatanze imiliyoni 10, Regideso yatanze imiliyoni 10, Uni Pharma miliyoni 4, Changai Homoport imiliyoni 5, Musumba Steel imiliyoni 20, banki KCB imiliyoni 5, BCB imiliyoni 10 na FENACOBU imiliyoni 10.  Umukenguzamateka Reverien Ndikuriyo akaba ariwe arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru m’Uburundi, FFB, akaba yashimiye abo baje gushigikira Intamba mu Rugamba akavuga ko nazo nyene ziteye iteka mu kugera mu gice ca nyuma c’inkino za CAN ubwambere kuva Uburundi bwikukira. Mwomenya ko nayandi mashirahamwe atandatu yatanze intereno yayo yo gushigikira Intamba mu Rugamba mu ndwi iheze. Ishirahamwe FFB rikaba kandi ryaratunganije urukino rwo gushigikira Intamba mu Rugamba itariki 31 rusama aho hazodandazwa m’Uburundi bwose amatike yo guterere uyo murwi w’igihugu. Itike ikazogurwa ibihumbi 5 imwe kuduga gushika k’umuliyoni urenga kubashaka guterere Intamba mu Rugamba, abo nabo bakazoca baronswa urupapuro rwiteka rwemeza ko baterereye umurwi w’igihugu. Hari n’inimero za Lumicash na Ecocash zuguruwe kugira uwariwe wese aterere abazoherekeza Intamba mu Rugamba mur’urwo rubanza rukomeye. Intamba mu Rugamba zikazoca zifata urugendo itariki 2 ruheshi zigana mu gisagara ca Doha mu nyuma i Tunis mu ntumbero yo kwimenyereza mu nkino no kumenyera ikirere co mu barabu.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibihuha ni vyinshi ku bagwaye ingwara ya coronavirus m’Uburundi
Kumbuga ngurukana bumenyi hariko haraca amakuru avuga ko m’Uburundi abagwayi bane boba bitavye Imana mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Bikavugwa kandi ko n’umukuru w’Inama nshingamateka nawene ari ku musego biturutse kur’iyo ngwara ya coronavirus yugarije isi yose.  Ayandi makuru nayo akavuga ko umupfasoni w’umukuru w’igihugu nawene yajanywe mu gihugu ca Kenya kwivuza iyo ngwara ibuza umuntu guhema harimwo n’ubushuhe. Abantu nabo bakaguma barungika ubutumwa ku mbuga ngurukana bumenyi bavuga imiti itandukanye yoshobora kuvura no gukinga iyo ngwara ya coronavirus. Ayo makuru rero akaba atarabeshuzwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu benshi bagiriza kutitaba kukamo baba batewe n’abagwayi bibonyeko ibimenyesto vya coronavirus. Inumero za telephone zatanzwe nyinshi zikaba zititaba. Ubwo bushikirangani bw’amagara y’abantu bukaba butaratanga inkuru zikwiye kurabo bagwayi bavugwa hamwe no kuriyo miti abantu bifashisha kugira bivure ingwara ya coronavirus.
Denise Nkurunziza yoba yajanwe muri Kenya kuvurwa Coronavirus
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba akandi yiteguriye gusohoka ku butegetsi, ariwe Denise Bucumi Nkurunziza, yajanwe mu gihugu ca Kenya inyuma yo kwandura umugera wa Coronavirus. Ibinyamakuru vya Kenya biremeza iyo nkuru ko Denise Nkurunziza yuriye indege ejo ku musi wa kane mwibanga ntangere ajanwe ku bitaro vyigenga biri muri kenya avurwe COVID-19. Ikinyamakuru kimwe kinavuga mbere ko nabakaozi bakorera ku kibuga c’indege ca Bujumbura batemerewe kwegera ku nyandiko za Bucumi Denise zo kuja muri Kenya.  Bikavurwa kandi ko yagiye ajanye n’aba garde-corps biwe batatu umwe muribo akaba yaranduye nawe uyo mugera wa Covid-19. Naho ayo makuru yagizwe ibanga ntangere, biraboneka ko ibinyamakuru vyo muri Kenya vyovyo vyaciye bibona icajanye Denise Bucumi mu gihugu ca Kenya ko ari ukwivuze Coronavirus. Umushiikiranganji Thadee Ndikumana naho yahakanye ko yagiye muri Kenya kwivuza Coronavirus ku wa 21 Rusama 2020, ibinyamakuru vya Kenya vyemeza ko yagiyeyo kwivuza Covid-19. Sources: 1. https://metropoltv.co.ke/2020/05/29/burundis-ex-first-lady-airlifted-to-kenya-after-contracting-covid-19/ 2. https://sonkonews.com/burundi-first-lady-airlifted-kenya-covid-19/ 3.https://citizentv.co.ke/news/burundi-first-lady-evacuated-to-kenya-after-contracting-covid-19-334094/
Abasenyeri bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020
Umugwi w’abasenyeri bo mu Burundi, CECAB, bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020.  CECAB ikabona ko naho amatora muri rusangi yabaye mu mutekano, hatabuze ibigenda nabi. CECAB iravuga ko hatabaye ugufata kumwe abakandida bahiganirwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu. “Turababajwe cane n’utunenge twinshi twabaye mu matora ku bijanye n’ubwigenge, umuco mu matora hamwe nukunganisha abahiganwe bose mu kubafata kumwe bitabaye”, niko Joachin Ntahondereye arongoye CECAB yamenyesheje. Ibindi abo basenyeri bavuga bitagenze neza mu matora ni uguhata abahagarariye amatora gusinya ku nzandiko za nyuma zivyavuye mu matora(proces verbaux, ugutora mu kibanza c’abapfuye hamwe n’impunzi hamwe no kuja gutorera abandi incuro nyinshi.  Ibindi umugwi w’abaseneyri uvuga ko bitagenze neza ni kuba hari abatora batoye incuro irenga imwe hamwe no kwirukana abari bahagarariye amatora bo mu mugambwe CNL nabandi hamwe no kubatera ubwoba bikozwe n’abategetsi batwara. Idini rya katolika mu Burundi rikaba ryari risanzwe rifitaniye umubano mubi na leta ya CNDD-FDD kuva mu matora yose yarenganye. Ubwo leta y’Uburundi iza kwishura gute kuri ibi birego vyashizwe ahabona na katolika?
#COVID-19: Umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye Coronavirus
Mu makuru ariko aca ku mbuga nguruakana bumenyi ataremezwa na leta y’Uburundi avuga ko umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye umugera wa Coronavirus. Mu makuru ashirwa ahabona n’ikinyamakuru SOS Media Burundi avuga ko umushikiramganji w’amagara y’Abantu, Thaddee Ndikumana, yoba yajanwe mu gihugu ca Kenya kugira avurwe mu buryo bwihuta kubera Coronavirus yoba yaranduye.  Aya makuru arahuye nayandi avugwa ko mu Burundi ubu hari abarwayi benshi ba Coronavirus naho leta y’Uburundi idashaka kubashira ahabona. Mu misi yahera harabaye iyirukanwa ry’abakozi bakorera Ishirahamwe ryitaho amagara y’Abantu mu Burundi,OMS, hakanavugwa ko hoba harabaye ukutabona kumwe kwa leta y’Uburundi ibijanye no kurwanya ikiza ca COVID-19 mu gihugu c’Uburundi. https://twitter.com/SOSMediasBDI/status/1265192155330547712?s=20 Abarundi baba mu gisagara ca Bujumbura na cane cane bobo barafise ubwoba cane kubera ico kiza bivugwa ko coba gikwiragiye mu bantu ariko kubera ibikoresho vyo gupima bidashika kuri bose ntibabimenye. Mu Burundi gushika ubu hamaze kwandura abantu COVID-19 bashika ku 42 mu barenga amajana atanu bamaze gupimwa mu gisagara ca Bujumbura gusa. Ariko rero , nta numwe mu Barundi baba mu gihugu hagati arigera apimwa umugera wa Coronavirus na cane abarundi baba ku mupaka uhana imbibe n’ibindi bihugu vyanduye cane nka Tanzania hamwe n’Uburundi.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ivy’umupira w’amaguru mu Burundi bibandanya biyangara…
Ivy’umupira w’amaguru mu Burundi bibandanya biyangara kubera ko muri aya mezi nk’angahe aheze Uburundi bwagumye butsidwa cane mu nkino z’umpira w’amaguru. Mu mahiganwa ya CECAFA, nahone ntivyoroshe kubera ko Uburundi buguma butsindwa cane, eka mbere no mu migwi y’abakenyezi kubera kubura indemesho no guterwa intege.  Umwemu bafana b’umupira w’Uburundi yaragize ico avuga kuri izi nkino za CECAFA ukuntu Uburundi buguma butsindwa. Soma kandi: Ukutumvikana: Bamwe babona ko umumenyereza w’intambamurugamba yotanga imihoho abandi siko babibona “Birababaje kubona Uburundi butsindwa n’igihugu nka Eritrea kiri mu kibanza ca 205  muri FIFA hama Uburundi nabwo bukaba buri ku kibanza ca 151, eka mbere n’igihugu c’Ubuganda ntigikomeye cane kudusumvya umupira ku buryo codustinda”, niko uwo mufana yavuze. Abafana nubu babadanya bata ishavu ku mumenyereza w’Intamba mu Rugamb, Olivier Niyungeko, batazira Mtombola, ko ataco ashoboye yotanga imihoho agasubirizwa n’uwundi abishoboye. Ariko rero, nabakinyi nabonyene barafise uruhara mu kuryohora uko boza baratsinda inkino zabo.
Umumenyereza w’Intamba m’Urugamba araremesha abarororezi
Olivier Niyungeko, umumenyereza mukuru w’Intamba m’Urugamba amenyesha ko bibaho gutsindwa kandi bishikira imirwi myinshi y’imipira y’amaguru kandi ikomeye cane kw’isi. Ivyo akaba yabivugiye mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kur’uyu wa mbere. Aho ni mugihe kumusi w’ejo kuwa kabiri Intamba m’Urugamba zizohura n’umurwi nserukira gihugu wa Maroc.  Ivyo akaba yabivuze kubibazo vy’abamenyeshamakuru aho babaza igituma umurwi nserukira gihugu Intamba m’Urugamba ziguma zitsindwa mu nkino nyinshi zimaze gukora. Olivier Niyungeko nawene yigeze gukina mu Ntamba m’Urugamba yamenyesheje ko n’ibihugu vyarutura mu mupira w’amaguru bihora bishika bikagera mu bihe bigoye ariko bakabandanya bubaka imirwi yabo. Asaba abarororezi kwizera no kurera kuvuga amajambo yo kwihebura. Urwo rukino ruzoba ejo ku mus iwa kabiri rukaba ruri mu mahiganwa yo gukurakuranamwo mu ntumbero yo gutora imirwi nserukira bihugu izoja guhiganirwa igikombe ca Afrika. Uburundi bukaba buheruka gutsindwa na Centrafrique mu gisagara ca Bangui. Benshi bakabona ko umurwi wa Maroc ukomeye gusumba Centrafrique abandi nabo bakizera ko umurwi nserukira gihugu w’Uburundi ushobora kuvyifatamwo neza.
Intamba m’Urugamba z’abakobwa zaryoheye abarundi
Mu gihe Intamba z’abahungu zimaze igihe zidatsindwa n’imirwi nserukira bihugu muri Afrika, Intamba z’abakobwa zatsinze izinga ya Zanzibar ikukira igihugu ca Tanzanira. Intamba m’Urugamba z’abakobwa zikaba zatsinze kandi bikomeye Zanzibar ibitsindo bitanu k’ubusa, bakaba bariko bakinira igikombe CECAFA.  Urwo rukino rukaba rwabereye mw’izinga Zanzibar kur’uyu wa gatandatu. Abakunzi b’umupira w’amaguru m’Uburundi bakaba baryohewe cane nkuko biboneka ku mbuga ngurukana bumenye haba kuri facebook, tweeter canke kuri whatsapp. Bakamenyesha kw’abo bakobwa bashoboye gusumvya abahungu bamaze igihe batsindwa bariko baraserukira Uburundi. Mwomenya ko kumusi wakabiri itariki 19 munyonyo uyu mwaka Intamba m’Urugamba z’abahungu zizohura na Maroc aha i Bujumbura, bakaba bariko barahiganwa kugira bazoje mu nkino zanyuma zizobera mu gihugu ca Cameroun mu mwaka wa 2021 aho hazobera inkino z’igikombe ca Afrika. Umumenyereza Olivier Niyungeko akaba ari mu yabira mu gihe aheruka gutsindirwa mu gihugu ca Centrafrika ibitsindo bibiri kuri kimwe hamwe n’igihugu ca Ouganda.  Ariko uyu mumenyereza akaba yarashikanye ubwambere Uburundi mu nkino za CAN2019 zabereye mu gihugu ca Misiri.
Ukutumvikana: Bamwe babona ko umumenyereza w’intambamurugamba yotanga imihoho abandi siko babibona
Inyuma yo gutsindwa n’igihugu ca Centrafrique ibitsindo bibiri ku busa, umumenyereza w’intamba mu rugamba, Olivier Niyungeko ntibigiye kumworohera. Hariko hibonekeza ukutumvikana mbere no mu betegetsi mu biro vy’umukuru w’igihugu ku kuntu Olivier Niyungeko atazirwa Mutombora ko yobandanya canke agatanga imihoho. Bamwe babona ko umumenyereza w’intambamurugamba yotanga imihoho abandi siko babibona.  Abo nabo batabona ibintu kumwe ni Renovat Sindayihebura na Willy Nyamitwe, bose bakora mu biro vy’umukuru w’igihugu. “Ku bwanje mbona ko Olivier Niyungeko yotanga imihoho, atari kubera ukubura ubuhinga ariko kubera kubura ivyamwa vyiza[mu mupira w’amaguru], niko Renovat Sindayihebura avuga. Ku bwivyo vya Renovat, Willy Nyamitwe nawe aca avuga ko adashigikiye ko Olivier Niyungeko yotanga imihoho. “Sinshigikiye iciyumviro cawe[Renovat Sindayihebura], nibaza ko Olivier Niyungeko abishoboye cane mu gikorwa ciwe[co kumenyereza umugwi w’intambamurugamba].….hariho ibindi biri inyuma y’ukwo gutsindwa…mbona ko leta yoshira uburyo bukwiye mu mupira w’amaguru hamwe no gushigikira abakinyi”, niko Willy Nyamitwe yishuye Renovat. Biragaragara ko ikurwa rya Olivier Niyungeko mu kumenyereza intamabamu rugamba ririko ryegereza ahubwo ko hasigaye gusa ukwumvikana hagati y’abamutwara. Wewe nawe ubona ko Olivier Niyungeko yotanga imihoho canke yobandanya? Un débat contradictoire au sein du système ? ! « Il ne faut jamais désespérer », dit-on ! #Burundi pic.twitter.com/LiXKD2eygj — Gilbert Bukeyeneza (@g_bukeyeneza) November 14, 2019
Intamba m’Urugamba zastinzwe n’igihugu ca RCA
Ibitsindo bibiri nivyo vinjinjwe n’umurwi nserukira gihugu ca Republika ya Centrafricaine kur’uyu wa gatatu aho bariko barakinira mu gisagara Bangui k’umurwa mukuru w’ico gihugu. Igihugu c’Uburundi kikaba kiriko kirahiganirwa kandi kuja mu mahiganwa yanyuma y’igikombe ca Afrika kizoba mu mwaka wa 2021. Uburundi bukaba buri mu murwi E urimwo ibihugu Maroc, Mauritanie na RCA.  Urukino ruzokwirikira rukazobera mu gisagara ca Bujumbura itariki 19 Munyonyo rukazohuza Uburundi na Maroc. Uburundi bukaba bwaheruka kuja mu mahiganwa yanyuma y’igikombe ca Afrika aheruka kuba mur’uno mwaka w’i 2019. Umumenyereza w’Intamba m’Urugamba, Olivier Niyungeko, akaba yari yaragize amahigwe arashikana Uburundi ubwambere mur’iryo higanwa ryanyuma.
Abanonotsi b’Abarundi babuze 5000$ bariha ihoteli muri Gabon.
Ku mbuga ngurukana bumenyi hariko hanyuragirana amasanamu y’abanonotsi babiri b’Abarundi bavugwa ko bugaraniwe muri hotel yitwa Ngonemono mu gihugu ca Gabon, mu gisagara ca Libreville kubera babuze amafaranga yo kuri iyo Hotel. Naho abo banonotsi b’Uburundi batahukanye umudale wa Bronze, baratabaza leta ko yobagarukira bakariha ihoteli bashikiyemwo. #Burundi Les deux boxeurs qui ont représenté le Burundi dans le championnat  d'Afrique zone 3, du 11 au 18 mai 2019 au Gabon, sont médaillés de  Bronze. Mais toute la délégation burundaise reste gardée à l’hôtel pour impayés. Il demande sécours au @BurundiGov pic.twitter.com/vE5ROLmISh — Journal Ijambo (@Ijambo10) May 20, 2019  Amafaranga basabwa kuriha ni hafi 5000 US$( hafi imiliyoni 15 z’amafaranga y’amarundi) kugira babone kurekurwa hama bagatahana umudali mu Burundi. #Burundi Chers boxeurs une chose est sûre, soit vous êtes des CNL ou vous parlez trop, donc pas des Bagumyabanga. Bon! #UmvirizaRero! vous représentez le Bdi, pas le Gouvmt. Alors donnez un COMPTE ou un numéro à contacter pour que les amis du Bdi contribuent à payer cet hôtel. pic.twitter.com/98Qf3SL2PN — Umuvuga Kuri ✌🏿️🌿🇧🇮🇰🇪 🇺🇬🇨🇩🇷🇼🇹🇿🇸🇸 (@Umuvugakuri) May 21, 2019  Umuntu umwe yiyita umuvugakuri kuri Twitter niwe avuga ko abo banonotsi b’Uburundi bashobora kuba ari abanywanyi ba CNL ya Rwasa kubera boba bariko bacafuza leta y’Uburundi. #Burundi Le montant que l' Hôtel Ngonemono a besoin est de 4680 $ US. Tel: 024101441338. pic.twitter.com/wCPaYwtoUE — Umuvuga Kuri ✌🏿️🌿🇧🇮🇰🇪 🇺🇬🇨🇩🇷🇼🇹🇿🇸🇸 (@Umuvugakuri) May 21, 2019  Mu vy’ukuri nimba barungitswe na leta y’Uburundi wewe ubona leta itobagarukira?
Umunonotsi Francine Niyonsaba yakuwe mwihiganwa Diamond-League
Ni inkuru y’umubabara k’umunonotsi Francine Niyonsaba n’Abarundi yahora azanira imidari n’Uburundi bukavugwa mu makungu n’ibendera rikaduga mu makungu. Francine Niyonsaba yamenyeshejwe ko atazoja mw’ihiganwa Diamond-League rizobera mu gihugu ca Suède mu gisagara ca Stockholm. Iryo higanwa rikazotangura kw’itariki 30 rusama.  Francine Niyonsaba cokimwe n’abanonotsi batatu b’abanyafrika b’igitsina gore aribo Semenya Caster ava mu gihugu ca Afrika Yepfo na Margaret Wambui ava mu gihugu ca Kenya bakuwe mur’iryo higanwa bakaba bagirizwa kuba bafise urugero runini rw’igice c’abagabo arico bita testostérone mu gifaransa. Francine Niyonsaba kur’urubuga ngurukana bumenyi bwiwe kuri facebook yamenyesheje ko kuva akiri muto yimenyereza kabiri kumusi kandi kwatanarimwe asiba imyimenyereza akavuga ko ariho akura ubukomezi bwiwe. Francine Niyonsaba akaba amaze gutahukana imidari myinshi mpuzamakungu harimwo umudari w’umwakaka yaronkeye mu gihugu ca Brésil mumahiganwa y’isi yose bita Jeux Olympique asizwe na Caster Semenya, Margaret Wambui acaba uwagatatu. Ukaba wabaye umudari wakabiri muri Jeux Olympique Uburundi bwari buronse inyuma y’umudari w’inzahabu wazanywe n’umunonotsi Venutse Niyongabo yaronkeye mu gihugu ca Leta zunze Ubumwe bwa Amerika mu gisagara ca Atlanta mu mwaka w’i 1996. Abajejwe amahiganwa ya Diamond League bagasaba abanonotsi Francine Niyonsaba, Caster Semenya na Margaret Wambui ko boja kwa muganga bakagabanya ico bita testostérone mu mubiri wabo. Ico naco kigatuma basa n’abagabo.
Papy Faty azotahanwa mu Burundi ahambwe mu gihugu c’amavukiro.
Umukinyi mpuzamakungu w’intamba mu rugamba z’Uburundi, Papy Faty aheruka gupfira mu gihugu ca Swazilande aho yariko arakina urukino rw’umpira w’amaguru, azotahanwa mu Burundi kugira ashinguranwe iteka. Amakuru ava aho muri Swazilande akamenyesha ko abakinyi bakinana mu mugwi wiwe muri Swazilande baza kwunamira ‘mwenewabo’ uyu musi ku wa 29 Ndamukiza 2019 kugira bamusezere.  Amakuru ava Swazialande akamenyesha kandi ko ikiziga ca Papy Faty kizoca kijanwa muri Afrika y’Epfo maze kikurizwa indege kugira kizanwe i Burundi maze ahamabanwe iteka mu gihugu ciwe c’amavukiro. Amakuru amwe amwe amenyesha ko uwo mukinyi w’Uburundi mpuzamakungu yahora agwaye indwara y’umutima imbere y’uko apfa. Ariko uyo mukinyi akaba yarirengagiza ingorane yari afise. Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Africa, CAF, rikaba ryarasohoye itanagazo aho ryamenyesheje ko ribabajwe cane n’urupfu rw’umu mukinyi w’umurundi, Papy Faty yari kwitaba inkino z’igikombe ca Afrika gitegekanijwe kubera mu Misri kandi Uburundi bukaba buzokina muri izo nkino.
FFB Burundi nta buryo ifise bukwiye bwo kurangiza neza inkino za...
FFB Burundi nta buryo ifise bukwiye bwo kurangiza neza inkino za CAN mu Misiri zizoba muri Ruheshi 2019. Ivyo vyamenyeshejwe na Reverien Ndikuriyo atwara FFB Burundi, Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi. Reverien yavuze ko naho bafise uburyo bushika ku 200 000 USD(177 000 Euros) hari nibindi bigikenewe nk’amafaranga akoreshwa hamwe n’amatike n’ibindi, ayo ahari adakwiye maze asaba ko haba abaterera na cane cane leta y’Uburundi. Ikinyamakuru kimwe Benin Web TV camenyesheje ko Uburundi bukeneye amafaranga angana na 290 000 euros( nka 310 000 USD, ayarenga umuliyaridi w’amarundi) kugira ngo gishobore kuja mu nkino z’igikombe ca Afrika ata ngorane. Bigaca bigaragara ko Uburundi bugihajije amafaranga arenga 100 000 USD( nk’amarundi imiliyoni 300). Le président de la #FFB appelle les #burundi-ais à contribuer pour soutenir l'équipe nationale. "C'est vrai que nous avons un budget de 200mille USD, mais au vu des dépenses, des tickets,… il est important que ceux qui ont des moyens, comme l'État nous soutiennent" @R_Ndikuriyo pic.twitter.com/JeB0axkRmV — F.F.B (@BurundiFF) April 8, 2019  Biragarara ko leta y’Uburundi n’abanyagihugu basabwa guterera FFB Burundi kugira Uburundi bushobore kuzokina izo nkino igihugu caronse aribwo bwa bere kuva zabaho. Mukibuka ko Uburundi bwashizwe hamwe na Nigeria, Madagascar na Guinee.
FFB ivuga ko RTNB ariyo ibwirizwa kuriha amande ya 10 000...
Mu kiganiro yaremesheje ejo ku wa mbere itariki 8 Ndamukiza 2019, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi yaramenyesheje aho ahagaze ku bijanye nuko Uburundi bwaciwe amande ya 10 000 USD(nk’imiliyoni 30 mu mafaramga y’amarundi). Ayo mande Uburundi bwayaciwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika CAF ku kuba Uburundi bwarerekanye urukino rwahuje Uburundi na Gabon ku wa 23 Ntwarante 2019 bidaciye mu mategeko. Umukuru wa FFB Burundi, Reverien Ndikuriyo, yamenyesheje ko ayo mande abwirizwa kurihwa na RTNB ‘kubera ko ariyo yerekanye urwo rukino’. Ndikuriyo akaba yamenyesheje ko FFB Burundi idakwiye kuriha ayo mande. Abihweza ibintu n’ibindi baca bibaza nimba RTNB iradiyo nkuru y’igihugu ariyo yari ikwiye kuriha ayo mande. #Burundi: Le Président de la #FFB Mr. @R_Ndikuriyo indique que la Fédération ne va pas payer les amandes lui infligées par la #CAF. " Ceux qui ont diffusé le Match ( @RTNBurundi ) #Burundi & #Gabon en payeront. C'était dans un point de Press de Ce Lundi. pic.twitter.com/KduiMX5spZ — CNDD FDD RUMONGE (@cnddfddrumonge) April 9, 2019  None vy’ukuri RTNB yerekanye urwo rukino FFB Burundi itabizi? Uko biri kwose bari muri Leta imwe, yaba RTNB canke FFB iyatanza azoba avuye muri leta.
2021 Investment: Raba abakinyi 2 bashobora kuzoserukira Uburundi mu murwi w’igihugu...
Iki ni ikinyamakuru canyu UBM News cayaze kandi n’umugwi wo kwiteza imbere ariwo 2021 Investment Team. Ubuheruka UBM News yaraganiriye nabo ku bijanye naho bagejeje mu mugambi wabo kandi twasanze bahagaze neza. Ubu naho uwo murwi 2021 Investment Team usigaye ufise icivugo ngo ‘Work hard, stay hungry’ bisobanura ‘kuguma umuntu akora hama akagumana inyota yo gukora’. UBM News yarayaze na 2021 Investment Team maze irababaza aho bagejeje ibikorwa. 2021 Investement Team yabwiye UBM News ko ubu mbere bafise abakinyi babiri aribo Amani Pacifique na Hussein bashobora kuzocagurwa hama bagakinira umurwi nserukiragihgu w’Uburundi w’urwaruka rukiro ruto ku rwego rw’igihugu. Soma kandi: Menya ico 2021 Investment ikora mu Burundi. UBM News yaciye ishima kubaza Amani na Hussein uko biteguriye ayo mabanga mashahsa bashobora kuronka mu mugwi w’urwaruka rukiri ruto ku rwego rw’igihugu. UBM News: Mwakiriye gute inkuru nziza yuko muri mu bazocagurwa gukinira umugwi nserukira gihugu w’urwaruka rukiri ruto ku rwego rw’igihugu? “Twakiriye neza cane iyo nkurunziza n’akanyamuneza kenshi. Turashima kubona tugiye kuboneka ko harico tumaze, maze biboneke ko tutataye umwanya n’inguvu vyacu mu gukina umupira w’amaguru”. UBM News: Mugejeje hehe imyiteguro kugira muzoshobore kuvyifatamwo neza mu murwi w’urwaruka rukiri ruto ku rwego rw’igihugu nimwashikayo? “Turahabwa imyimeyerezo ikwiye, maze tugakora cane kugira tuzoshobore gushika kure. Nk’uko icivugo cacu “Work hard, Stay hungry‘ kibivuga, turagumana urutonde rwiza rwo gukora imyimeneyerezo ku giti cacu kugira turabe ko twononosora ahakenewe kuryohorwa”. UBM News: Muzofadikanya gute amabanga yo gukinira igihugu c’Uburundi hamwe n’ishure? “Ntitwiteguriye guheba ishure kubera gukina umupira w’amaguru, ariko kandi naho bitazoba vyoroshe kubifadikanya ari bibiri, twosaba ko Management yacu izotube hafi mu kudufasha mu bijanye no gusubirirwamwo ivyigwa tuzoba tutabonye bivanye n’uko tuzoba twagiye mu bundi burere duserukira igihugu c’Uburundi mu nkino”. UBM News: Management yanyu mwumva mwoyibwira iki yoyo yabashikanye ngaha kuri iyi ntambwe? Musaba iki Managament yanyu kugira mubashe kubandanya mutera imbere? “Turashima cane ku kuntu Management yacu ibandanya idufasha muri vyose dukeneye. Ico dusaba Management yacu 2021 Investment Team ni uko yobandanya kutuba hafi naho tuzoba twamaze kuja mu murwi nserukira gihugu w’urwaruka rukiri ruto ku rwego rw’igihugu”. UBM News: Mwateye intambwe aho mushobora kuzokinira Uburundi muri murwi w’urwaruka rukiri ruto ku rwego rw’igihugu, mubona muzoshika aho mukinira ya migwi mpuzamakungu ya Buraya na za Amerika? “Turavyizigiye kandi turizeye ko managamenent yacu izobandanya ituba hafi gushika dushitse kuri iyo ntambwe iteye umunezero. Turizeye ko kubona twateye intambwe iyi ya mbere yo guserukira Uburundi ko n’izindi ntambwe tuzozitera”.
Abakinyi 25 bo hanze nibo bahamagawe mu rukino ruzohuza Burundi-Gabon
Urwo rukino rw’amaguru rukaba ruzoba igenekerezo rya 23 ntwarante ku kibuga c’umupira citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore. Umumenyereza w’abakinyi bakuze b’Intamba mu Rugamba, Olivier Niyungeko, akaba yahamagaje abakinyi bashika 25 bakinira hanze y’igihugu.  Urwo rukino akaba arurwo gusubiriza aho urukino rwambere rwabereye mu gihugu ca Gabon aho Uburundi bwanganije n’igihugu ca Gabon igitsindo kimwe ku kindi. Uburundi bukaba buri murwi C burikumwe n’ibihugu vya Mali  bufise amanota 11, Uburundi bufise amanota 9, Gabon amanota 7 hamwe na Soudan du Sud gifise Ubusa. Iryo higanwa rya Afrika ry’umupira w’amaguru rigira 32 rizobera mu gihugu ca Egypte ku ma genekerezo ya 21 ruheshi gushika itariki 19 mukakaro. Urutonde rw’abo bakinyi
Menya ico 2021 Investment ikora mu Burundi.
Woba wibaza ico 2021 Investment ikora mu Burundi? Ikinyamakuru cacu arico canyu UBM News caregereye abajejwe 2021 investment mu Burundi kugira batwiganire ico bakora hamwe n’intumbero yabo.  Ngiki ikiganiro twagiranye n’umwe mu barongoye iyo 2021 Investment mu Burundi, nawe akaba ari KWIZERA Gervais Patient: UBM News: Witwa ngwiki? Usanzwe ukora ibiki? KWIZERA: Nitwa KWIZERA Gervais Patient, nkaba nsanzwe ndi umutekamutwe(entrepreneur) nkongera nkaba uwujejwe gukurikirana ivya 2021 Investment mu Burundi( 2021 Investment Manager). Nkaba nsanzwe ndi umunyeshure kuri kaminuza y’i Bujumbura yitwa Bujumbura International University(BIU).  UBM News: Woshobora kutubwira ico 2021 Investment isigura hamwe n’ico ikora? KWIZERA: Mu bisanzwe, 2021 Investment irigenga( private Investment) rishinzwe gutegura abana bafise ubushobozi bwo gukina umupira w’amaguru(football) mu buhinga bugezweho. Akazi kacu nako n’uko ducira inzira abana bakiri bato biyumva ko bokinira umupira w’amaguru mu bihugu biteye imbere mu mupira w’amaguru. UBM News: Murakoze, none iryo zina 2021 riva hehe, ryoba riva mu rurimi nyabaki? KWIZERA: 2021 si ururimi rw’abanyamahanga, ahubwo 2021 ni umwaka twipfuza ko ariho tuzoba tumaze kuronka abana bamaze kuronka ivyirwa n’ubumenyi bihagije vyotuma bashobora gukinira mu nzego mpuzamkungu mu mupira w’amaguru. UBM News: Nk’uko ubivuze, wavuze ko mucira  inzira abana bakiri bato( aba jeunes), none mubacira inzira gute? Kuko ivyo twama twavyumvise bivugwa mu gihugu c’Uburundi. KWIZERA: Ubwa mbere ico dushira imbere muri 2021 Investment, nuko dutora abana bafise impano ariko bakaba babuze amashure asabwa kugira bamenyekane nk’abandi(Education), bakagira ingorane z’uburyo bw’amahera(Financing), bakongera bakabura n’umuntu abitaho( mentor) mu bijanye n’umupira w’amaguru. UBM News: Kuri wewe ubona hari intambwe muriko muratera kuva mutanguye? KWIZERA: Ego cane. Mu bakinyi dufise muri kino gihe, harimwo babiri twizeye ko bazokinira umugwi w’igihugu w’abatarakwiza imyaka cumi n’indwi(U-17 National Team) mu mwaka wa 2019. UBM News: Kubera iki mwibaza ko abo bana bazobishobora? KWIZERA: 2021 Investment irizigiye ko bazobishobora kubera ko tumaranye amezi 9 kandi tukaba twarabateguje ibisabwa vyotuma bashobora gukinira U-17 National Team. Ikindi kandi, abo bana bakiri bato bafise impano yo gukina umupira w’amaguru twarabahaye indero, ukwiyizigira, twongera turabaha inyigisho ijanye n’ukuntu bategerezwa  kwifata mu gihe bari mu kibuga canke hanze y’ikibuga. UBM News: Hari abantu woshobora gushimira canke umurwi kanaka? KWIZERA:Norangiza nshimira umurwi waba Slameurs ariwo Super Slams(n’umurwi w’abakobwa n’abahungu bakora Poésie Moderne Oratoire) akaba ariwo watumye ntera iyintambwe, mu kumfasha gukorana hamwe n’abandi( networking), kwitwararika amabanga njejwe hamwe no kugira umuzirikanyi wugurutse. UBM News: Mwoshobora kuduha amafoto yerekana incamake y’ivyo mumaze gushikako n’abo bakinyi banyu bakiri bato? KWIZERA: Turafise amafoto menshi cane yerekana ivyo tumaze gushikako. Raba amwe muri ayo:
Aha twari tugitangura kwiyumvira ibijanye n’umugambi wa 2021 Investment

Aronkejwe ibirato vyo gukinisha umpira

Barahabwa ubuyobozi bategerezwa kwisunga mu kibuga

Igice cambere c’urukino kirangiye

Urukino rurangiye

Nimwaba mufise ico mubaza kuri 2021 Investment, murashobora gusiga iciyumviro canyu aha hepfo muri Commentaire canke kuri Facebook.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibihuha ni vyinshi ku bagwaye ingwara ya coronavirus m’Uburundi
Kumbuga ngurukana bumenyi hariko haraca amakuru avuga ko m’Uburundi abagwayi bane boba bitavye Imana mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Bikavugwa kandi ko n’umukuru w’Inama nshingamateka nawene ari ku musego biturutse kur’iyo ngwara ya coronavirus yugarije isi yose.  Ayandi makuru nayo akavuga ko umupfasoni w’umukuru w’igihugu nawene yajanywe mu gihugu ca Kenya kwivuza iyo ngwara ibuza umuntu guhema harimwo n’ubushuhe. Abantu nabo bakaguma barungika ubutumwa ku mbuga ngurukana bumenyi bavuga imiti itandukanye yoshobora kuvura no gukinga iyo ngwara ya coronavirus. Ayo makuru rero akaba atarabeshuzwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu benshi bagiriza kutitaba kukamo baba batewe n’abagwayi bibonyeko ibimenyesto vya coronavirus. Inumero za telephone zatanzwe nyinshi zikaba zititaba. Ubwo bushikirangani bw’amagara y’abantu bukaba butaratanga inkuru zikwiye kurabo bagwayi bavugwa hamwe no kuriyo miti abantu bifashisha kugira bivure ingwara ya coronavirus.
Denise Nkurunziza yoba yajanwe muri Kenya kuvurwa Coronavirus
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba akandi yiteguriye gusohoka ku butegetsi, ariwe Denise Bucumi Nkurunziza, yajanwe mu gihugu ca Kenya inyuma yo kwandura umugera wa Coronavirus. Ibinyamakuru vya Kenya biremeza iyo nkuru ko Denise Nkurunziza yuriye indege ejo ku musi wa kane mwibanga ntangere ajanwe ku bitaro vyigenga biri muri kenya avurwe COVID-19. Ikinyamakuru kimwe kinavuga mbere ko nabakaozi bakorera ku kibuga c’indege ca Bujumbura batemerewe kwegera ku nyandiko za Bucumi Denise zo kuja muri Kenya.  Bikavurwa kandi ko yagiye ajanye n’aba garde-corps biwe batatu umwe muribo akaba yaranduye nawe uyo mugera wa Covid-19. Naho ayo makuru yagizwe ibanga ntangere, biraboneka ko ibinyamakuru vyo muri Kenya vyovyo vyaciye bibona icajanye Denise Bucumi mu gihugu ca Kenya ko ari ukwivuze Coronavirus. Umushiikiranganji Thadee Ndikumana naho yahakanye ko yagiye muri Kenya kwivuza Coronavirus ku wa 21 Rusama 2020, ibinyamakuru vya Kenya vyemeza ko yagiyeyo kwivuza Covid-19. Sources: 1. https://metropoltv.co.ke/2020/05/29/burundis-ex-first-lady-airlifted-to-kenya-after-contracting-covid-19/ 2. https://sonkonews.com/burundi-first-lady-airlifted-kenya-covid-19/ 3.https://citizentv.co.ke/news/burundi-first-lady-evacuated-to-kenya-after-contracting-covid-19-334094/
Abasenyeri bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020
Umugwi w’abasenyeri bo mu Burundi, CECAB, bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020.  CECAB ikabona ko naho amatora muri rusangi yabaye mu mutekano, hatabuze ibigenda nabi. CECAB iravuga ko hatabaye ugufata kumwe abakandida bahiganirwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu. “Turababajwe cane n’utunenge twinshi twabaye mu matora ku bijanye n’ubwigenge, umuco mu matora hamwe nukunganisha abahiganwe bose mu kubafata kumwe bitabaye”, niko Joachin Ntahondereye arongoye CECAB yamenyesheje. Ibindi abo basenyeri bavuga bitagenze neza mu matora ni uguhata abahagarariye amatora gusinya ku nzandiko za nyuma zivyavuye mu matora(proces verbaux, ugutora mu kibanza c’abapfuye hamwe n’impunzi hamwe no kuja gutorera abandi incuro nyinshi.  Ibindi umugwi w’abaseneyri uvuga ko bitagenze neza ni kuba hari abatora batoye incuro irenga imwe hamwe no kwirukana abari bahagarariye amatora bo mu mugambwe CNL nabandi hamwe no kubatera ubwoba bikozwe n’abategetsi batwara. Idini rya katolika mu Burundi rikaba ryari risanzwe rifitaniye umubano mubi na leta ya CNDD-FDD kuva mu matora yose yarenganye. Ubwo leta y’Uburundi iza kwishura gute kuri ibi birego vyashizwe ahabona na katolika?
#COVID-19: Umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye Coronavirus
Mu makuru ariko aca ku mbuga nguruakana bumenyi ataremezwa na leta y’Uburundi avuga ko umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye umugera wa Coronavirus. Mu makuru ashirwa ahabona n’ikinyamakuru SOS Media Burundi avuga ko umushikiramganji w’amagara y’Abantu, Thaddee Ndikumana, yoba yajanwe mu gihugu ca Kenya kugira avurwe mu buryo bwihuta kubera Coronavirus yoba yaranduye.  Aya makuru arahuye nayandi avugwa ko mu Burundi ubu hari abarwayi benshi ba Coronavirus naho leta y’Uburundi idashaka kubashira ahabona. Mu misi yahera harabaye iyirukanwa ry’abakozi bakorera Ishirahamwe ryitaho amagara y’Abantu mu Burundi,OMS, hakanavugwa ko hoba harabaye ukutabona kumwe kwa leta y’Uburundi ibijanye no kurwanya ikiza ca COVID-19 mu gihugu c’Uburundi. https://twitter.com/SOSMediasBDI/status/1265192155330547712?s=20 Abarundi baba mu gisagara ca Bujumbura na cane cane bobo barafise ubwoba cane kubera ico kiza bivugwa ko coba gikwiragiye mu bantu ariko kubera ibikoresho vyo gupima bidashika kuri bose ntibabimenye. Mu Burundi gushika ubu hamaze kwandura abantu COVID-19 bashika ku 42 mu barenga amajana atanu bamaze gupimwa mu gisagara ca Bujumbura gusa. Ariko rero , nta numwe mu Barundi baba mu gihugu hagati arigera apimwa umugera wa Coronavirus na cane abarundi baba ku mupaka uhana imbibe n’ibindi bihugu vyanduye cane nka Tanzania hamwe n’Uburundi.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ivy’umupira w’amaguru mu Burundi bibandanya biyangara…
Ivy’umupira w’amaguru mu Burundi bibandanya biyangara kubera ko muri aya mezi nk’angahe aheze Uburundi bwagumye butsidwa cane mu nkino z’umpira w’amaguru. Mu mahiganwa ya CECAFA, nahone ntivyoroshe kubera ko Uburundi buguma butsindwa cane, eka mbere no mu migwi y’abakenyezi kubera kubura indemesho no guterwa intege.  Umwemu bafana b’umupira w’Uburundi yaragize ico avuga kuri izi nkino za CECAFA ukuntu Uburundi buguma butsindwa. Soma kandi: Ukutumvikana: Bamwe babona ko umumenyereza w’intambamurugamba yotanga imihoho abandi siko babibona “Birababaje kubona Uburundi butsindwa n’igihugu nka Eritrea kiri mu kibanza ca 205  muri FIFA hama Uburundi nabwo bukaba buri ku kibanza ca 151, eka mbere n’igihugu c’Ubuganda ntigikomeye cane kudusumvya umupira ku buryo codustinda”, niko uwo mufana yavuze. Abafana nubu babadanya bata ishavu ku mumenyereza w’Intamba mu Rugamb, Olivier Niyungeko, batazira Mtombola, ko ataco ashoboye yotanga imihoho agasubirizwa n’uwundi abishoboye. Ariko rero, nabakinyi nabonyene barafise uruhara mu kuryohora uko boza baratsinda inkino zabo.
Umumenyereza w’Intamba m’Urugamba araremesha abarororezi
Olivier Niyungeko, umumenyereza mukuru w’Intamba m’Urugamba amenyesha ko bibaho gutsindwa kandi bishikira imirwi myinshi y’imipira y’amaguru kandi ikomeye cane kw’isi. Ivyo akaba yabivugiye mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kur’uyu wa mbere. Aho ni mugihe kumusi w’ejo kuwa kabiri Intamba m’Urugamba zizohura n’umurwi nserukira gihugu wa Maroc.  Ivyo akaba yabivuze kubibazo vy’abamenyeshamakuru aho babaza igituma umurwi nserukira gihugu Intamba m’Urugamba ziguma zitsindwa mu nkino nyinshi zimaze gukora. Olivier Niyungeko nawene yigeze gukina mu Ntamba m’Urugamba yamenyesheje ko n’ibihugu vyarutura mu mupira w’amaguru bihora bishika bikagera mu bihe bigoye ariko bakabandanya bubaka imirwi yabo. Asaba abarororezi kwizera no kurera kuvuga amajambo yo kwihebura. Urwo rukino ruzoba ejo ku mus iwa kabiri rukaba ruri mu mahiganwa yo gukurakuranamwo mu ntumbero yo gutora imirwi nserukira bihugu izoja guhiganirwa igikombe ca Afrika. Uburundi bukaba buheruka gutsindwa na Centrafrique mu gisagara ca Bangui. Benshi bakabona ko umurwi wa Maroc ukomeye gusumba Centrafrique abandi nabo bakizera ko umurwi nserukira gihugu w’Uburundi ushobora kuvyifatamwo neza.
Intamba m’Urugamba z’abakobwa zaryoheye abarundi
Mu gihe Intamba z’abahungu zimaze igihe zidatsindwa n’imirwi nserukira bihugu muri Afrika, Intamba z’abakobwa zatsinze izinga ya Zanzibar ikukira igihugu ca Tanzanira. Intamba m’Urugamba z’abakobwa zikaba zatsinze kandi bikomeye Zanzibar ibitsindo bitanu k’ubusa, bakaba bariko bakinira igikombe CECAFA.  Urwo rukino rukaba rwabereye mw’izinga Zanzibar kur’uyu wa gatandatu. Abakunzi b’umupira w’amaguru m’Uburundi bakaba baryohewe cane nkuko biboneka ku mbuga ngurukana bumenye haba kuri facebook, tweeter canke kuri whatsapp. Bakamenyesha kw’abo bakobwa bashoboye gusumvya abahungu bamaze igihe batsindwa bariko baraserukira Uburundi. Mwomenya ko kumusi wakabiri itariki 19 munyonyo uyu mwaka Intamba m’Urugamba z’abahungu zizohura na Maroc aha i Bujumbura, bakaba bariko barahiganwa kugira bazoje mu nkino zanyuma zizobera mu gihugu ca Cameroun mu mwaka wa 2021 aho hazobera inkino z’igikombe ca Afrika. Umumenyereza Olivier Niyungeko akaba ari mu yabira mu gihe aheruka gutsindirwa mu gihugu ca Centrafrika ibitsindo bibiri kuri kimwe hamwe n’igihugu ca Ouganda.  Ariko uyu mumenyereza akaba yarashikanye ubwambere Uburundi mu nkino za CAN2019 zabereye mu gihugu ca Misiri.
Ukutumvikana: Bamwe babona ko umumenyereza w’intambamurugamba yotanga imihoho abandi siko babibona
Inyuma yo gutsindwa n’igihugu ca Centrafrique ibitsindo bibiri ku busa, umumenyereza w’intamba mu rugamba, Olivier Niyungeko ntibigiye kumworohera. Hariko hibonekeza ukutumvikana mbere no mu betegetsi mu biro vy’umukuru w’igihugu ku kuntu Olivier Niyungeko atazirwa Mutombora ko yobandanya canke agatanga imihoho. Bamwe babona ko umumenyereza w’intambamurugamba yotanga imihoho abandi siko babibona.  Abo nabo batabona ibintu kumwe ni Renovat Sindayihebura na Willy Nyamitwe, bose bakora mu biro vy’umukuru w’igihugu. “Ku bwanje mbona ko Olivier Niyungeko yotanga imihoho, atari kubera ukubura ubuhinga ariko kubera kubura ivyamwa vyiza[mu mupira w’amaguru], niko Renovat Sindayihebura avuga. Ku bwivyo vya Renovat, Willy Nyamitwe nawe aca avuga ko adashigikiye ko Olivier Niyungeko yotanga imihoho. “Sinshigikiye iciyumviro cawe[Renovat Sindayihebura], nibaza ko Olivier Niyungeko abishoboye cane mu gikorwa ciwe[co kumenyereza umugwi w’intambamurugamba].….hariho ibindi biri inyuma y’ukwo gutsindwa…mbona ko leta yoshira uburyo bukwiye mu mupira w’amaguru hamwe no gushigikira abakinyi”, niko Willy Nyamitwe yishuye Renovat. Biragaragara ko ikurwa rya Olivier Niyungeko mu kumenyereza intamabamu rugamba ririko ryegereza ahubwo ko hasigaye gusa ukwumvikana hagati y’abamutwara. Wewe nawe ubona ko Olivier Niyungeko yotanga imihoho canke yobandanya? Un débat contradictoire au sein du système ? ! « Il ne faut jamais désespérer », dit-on ! #Burundi pic.twitter.com/LiXKD2eygj — Gilbert Bukeyeneza (@g_bukeyeneza) November 14, 2019
Intamba m’Urugamba zastinzwe n’igihugu ca RCA
Ibitsindo bibiri nivyo vinjinjwe n’umurwi nserukira gihugu ca Republika ya Centrafricaine kur’uyu wa gatatu aho bariko barakinira mu gisagara Bangui k’umurwa mukuru w’ico gihugu. Igihugu c’Uburundi kikaba kiriko kirahiganirwa kandi kuja mu mahiganwa yanyuma y’igikombe ca Afrika kizoba mu mwaka wa 2021. Uburundi bukaba buri mu murwi E urimwo ibihugu Maroc, Mauritanie na RCA.  Urukino ruzokwirikira rukazobera mu gisagara ca Bujumbura itariki 19 Munyonyo rukazohuza Uburundi na Maroc. Uburundi bukaba bwaheruka kuja mu mahiganwa yanyuma y’igikombe ca Afrika aheruka kuba mur’uno mwaka w’i 2019. Umumenyereza w’Intamba m’Urugamba, Olivier Niyungeko, akaba yari yaragize amahigwe arashikana Uburundi ubwambere mur’iryo higanwa ryanyuma.
Wachezaji wa Simba SC kabla ya mechi yao dhidi ya Azam...
SIMBA wamekiri msimu huu hata nafasi ya pili wanaweza wasiipate lakini wakasema: “Tutakufa na Yanga.”
Mabingwa hao watetezi wamekuwa na mwendo wa kusuasua tangu kuanza kwa msimu huu. Kabla ya mechi ya jana, walikuwa katika nafasi ya nne, nyuma ya Kagera Sugar, Azam na Yanga.
Kocha msaidizi wa timu hiyo, Jamhuri Kihwelo ‘Julio’, amesema kwa sasa wanacheza ili kulinda heshima ya Simba tu.
Amesema ni lazima washinde mechi dhidi ya Yanga (ya mwisho) itakayochezwa Mei 18, mwaka huu, kwa kuwa ndiyo itakayowapa heshima kwa wanachama wao.
“Simba sasa tunatengeneza timu mpya kwa ajili ya ligi ya mwakani, hatupo tena katika mbio za ubingwa, lakini sasa tunachofanya ni kulinda heshima ya timu katika michezo iliyosalia, tumejipanga kuhakikisha tunashinda michezo yote.
“Lakini kikubwa zaidi ni mchezo dhidi ya Yanga, tumewaambia wachezaji dhamira yetu juu ya mchezo huo kwamba ushindi ni lazima, lakini pia na wao wanatakiwa kujituma zaidi ili kuweza kujitafutia soko katika kipindi kijacho cha usajili,” alisema Julio.
Simba imeshatoka kwenye mbio za ubingwa wa Ligi Kuu Bara, kwani hata kama ikishinda mechi zake zote nne zilizosalia, haiwezi kufikia pointi 52 walizonazo Yanga.
MCHEZAJI kiraka kwenye kikosi cha Simba, Shomari Kapombe amesema
MCHEZAJI kiraka kwenye kikosi cha Simba, Shomari Kapombe amesema dalili zinaonyesha kuwa hata kuipata nafasi ya pili au ya tatu ni jambo gumu, lakini nguvu zao wanaelekeza kuhakikisha wanashinda mechi zote zilizosalia katika Ligi Kuu ya Bara.
Simba sasa inashika nafasi ya nne ikiwa na pointi 36, ambazo ni nne nyuma ya Kagera Sugar inayoshika nafasi ya tatu.
Akizungumza na Championi Ijumaa, Kapombe ambaye alikuwa mmoja wa wachezaji waliocheza kwa bidii msimu huu, alisisitiza kuwa ni jambo gumu pia hata kushika nafasi ya tatu ambayo kwao ilionekana kuwa rahisi kuipata baada ya kushushwa kileleni na Yanga.
“Mimi siku zote si mtu wa kukata tamaa, nitapambana hadi mwisho, lakini nadhani sasa mambo yamekuwa magumu zaidi, hata hiyo nafasi ya tatu tunaweza tusiipate,” alisema Kapombe.
Kapombe ambaye ni kati ya wachezaji chipukizi Simba, amekuwa mmoja wa mabeki tegemeo wa kikosi hicho msimu huu.
UONGOZI wa Toto African ya Mwanza, umekiri wazi kwamba timu yao
Na Khatimu Naheka
UONGOZI wa Toto African ya Mwanza, umekiri wazi kwamba timu yao ipo katika wakati mgumu katika kusalia Ligi Kuu Bara, lakini ukasema Shirikisho la Soka Tanzania (TFF) ndiyo tatizo. Kauli hiyo ya Toto inakuja ikiwa imepita siku moja tangu ikubali kichapo cha bao 1-0 kutoka kwa Kagera Sugar, huku timu hiyo ikikabiliwa na tatizo kubwa la ukata. Mwenyekiti wa Toto, Omari Nosli, ameliambia Championi Ijumaa kuwa, TFF kupitia kamati yake ya ligi ndiyo kiini kikubwa kitakachoishusha timu yao, kutokana na upangaji mbovu wa ratiba ya ligi ambapo italazimu baadhi ya klabu kupanga matokeo. Nosli alisema uongozi wa timu hiyo umeshangazwa na taarifa zilizokuwa zinatolewa na Mwenyekiti wa Kamati ya Ligi, Wallace Karia, ambapo amekuwa akidai uongozi wa Toto uliandika barua kuomba kuharakishwa baadhi ya michezo yake taarifa ambazo siyo za kweli. “Ukiangalia msimamo wa ligi sasa, utaona kuna timu zimebakiza mechi tatu nyingine mbili, lakini ajabu kwetu tumebakiza mchezo mmoja pekee,” alisema Nosli.

Uburundi bwafashe urugendo rw’ukuja gusubiriza Tanzaniya
Kuri uwu w’Imana, umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru mu batarenza imyaka 23 wafashe urugendo ruwushikana i Dar Es Salaam, uwo murwi ukaba ugiye gutana mu mitwe na Tanzania mu rukino rugira kabiri arirwo bita urwo gusubiriza ruzoba kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 20 Munyonyo 2018. Tubibutse ko urukino rubanza, Intamba zatsinze kilimindjalo ya Tanzaniya ibitsindo bibiri ku busa. Izo nkino ziro mu rukurikirane rwo kurondera ububasha bwuzuye bwo gukina igikombe c’Afrika c’abatarenza imyaka 23. Muri ico gikombe ninaho hava ububasha bwuzuye bwokuja mu nkino Olympic zizobera i Tokyo  Urutonde rw’abakinyi b’Intamba bafashe indege berekeza muri Tanzaniya ni uru : 1. MUTOMBORA Fabien
2. SELEMANI Mustafa
3. NDORIYOBIJA Eric
4. BIGIRIMANA Ramadhan
5. NDIKUMANA Trésor
6. NDAYISHIMIYE Youssouf
7. MURYANGO Mabano Shabani
8. MUSORE Aaron
9. KANAKIMANA Bienvenue
10. RAMAZANI Pascal
11. BIMENYIMANA Bon- Fils Caleb
12. NSHIMIRIMANA Jospin
13. MAVUGO Cédric
14. MURYANGO Mussa
15. NDAYE Chancel
16. NDIZEYE Sefu
17. MBIRIZI Eric
18. NTIBAHEZWA Dieudonné
Raba hano uko umukinyi w’umurundi yakiniye nabi mugenziwe wa Tanzania.
Mu mikino iriko iba ihuza Urwaruka ruri munsi y’imyaka 17( U17), Televiziyo ya Tanzania Azam TV yashize ahabona uko umukinyi w’umurundi yavyifashemwo nabi mu gukinira nabi cane umukinyi wa Tanzania, mu rukino rwarangiye Tanzania itahukanye intsuinzi ya 2 kuri 1 c’Uburundi. Mugihe, umu kapiteni w’umurwi wa Tanzania, Abaraham Morris yageregeza gucenga mugenziwe w’umurundi, uwo  mukinyi w’umurundi ntiyavyihanganiye, maze aca amutera umugere wo mu maso. Ntivyaranguriye ngaho, uwo mukinyi w’umurundi yaciye yunyura ibintu mu guca ahonyora uwo mu kapiteni yari aryamye hasi kw’itako. Naho vyagenze uko, Tanzania ikaba yatahukanye intsinzi muri urwo rukino. Raba hano iyo video y’uko vyagenze muri urwo rukino.
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Zambia ryitwariye Uburundi Muri CAF.
Inyuma y’urukino rwahuje igihugu c’Uburundi na Zambia mu nkino z’umupira w’amaguru w’abana bari munsi y’imyaka 20( Under-20, U20), ishirahame ry’umupira w’amaguru rya Zambia(The Football Association of Zambia (FAZ)) ryitwariye Uburundi mw’Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Africa(Confederation of African Football (CAF) kubera Uburundi bwagirizwa ‘gukinisha abakinyi barenza imyaka 20’ muri urwo rukino. Ivyo bishitse inyuma y’aho Uburundi butsinze bwihaniza igihugu ca Zambia muri izo nkino z’abari munsi y’imyaka 20 mu gutsinda Zambia ibitego 3 ku busa ku musi wa mungu w’indwi iheze.  Iyo ntsizni ikaba yatumye Uburundi bushobora kuronka itike yo kuja mu nkino z’igikombe mu mipira w’amaguru z’abaterenza imyaka 20 zizobera mu gihugu ca Niger mu mwaka wa 2019. Nk’uko Lusaka Times ibimenyesha, Icatumye haba iyo myidogo ya Zambia muri CAF ni amshusho y’abakinyi b’Abarundi batarenza imyaka 20 yakwiragiye kuri Internet, ayatumye haba amakernga ku myaka y’abakinyi b’Uburundi muri urwo rukino. The Football Association of Zambia FAZ ikaba yasavye Confederation of African Football CAF ‘gukora amatohoza yitondewe ku myaka y’abakinyi Uburundi bwakinishije’ muri urwo rukino rwabereye i  mu ntara ya Ngozi ku wa 22 Mukakaro 2018.
Babiri Barafunzwe Kubera Petero Nkurunziza « Yakiniwe Nabi » Mu Mupira...
Abategetsi babiri ari bo musitanteri wa Kominie Kiremba n’icegera ciwe ajejwe ivya Sport barahagaritswe barafungwa ku musi wa kane bagirizwa kuba « bararetse » umukuru w’igihigu c’Uburundi Pierre Nkurunziza « arakinirwa nabi » mu mupira w’amaguru yariko akinamwo, nk’uko itororokanirizo ry’amakuru AFP ribishira ahabona.     Uyo musitanteri wa komine Kiremba mu ntara ya Ngozi , Cyriaque Nkezabahizi ,n’umufasha wiwe , Michel Mutama, bakaba bafungiwe mu gasho  i Ngozi kuva ku musi wa kane kubera urukino rw’umupira w’amaguru rwabaye ruhuza umugwi wa Pierre Nkuruziza Halleluia FC n’umugwi w’i kiremba mu ntara ya Ngozi ku wa 3 Ruhuhuma 2018.     Mu makuru ya BBC, herekana ko abo bafunzwe bafashe abakinyi b’impunzi z’abakongo ya Musasa muri iyo komine maze babakinisha muri urwo rukino, nk’uko ivyabona biganiye itangazamakuru.      «  Abo bakongomani ntibazi mu vy’ukuri Umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza maze baramukiniye nabi cane. Baramutangira igihe cose yaba afise umupira kandi baramutaye hasi incuro nyinshi, mu gihe abakinyi b’Abarundi bobo bari bazi ko badategerezwa kumwegera na gato », niko abayaze na AFP babandanya babivuga.      Abo bategetsi babiri basanzwe bari mu mugambwe uri ku butegtesi CNDD-FDD bakaba bahagritaswe ku musi wa kane muri iyi ndwi n’igipolisi hamwe n’abo mw’igendereza ry’Uburundi. « Abo bategetsi babiri bakaba barafashwe maze barafungwa bagirizwa gushaka gukorera nabi umukuru w’igihugu », niko uwutashatse kwivuga izina yabwiye AFP.
Réverien Ndukuriyo Yasubiye Gutorwa Kuba Umukuru w’Umupira w’Amaguru mu Burundi
Kwiyamamaza vyatanguye kuruyu wa gatandatu itariki 7 gitugutu 2017 mu ntara ya Gitega. Réverien Ndikuriyo asanzwe ari umukuru w’Inama Nkenguzamateka, yaritoza kugira asubire kurongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi. Akaba yahiganwa na Alexandre Muyenge, umupolisi mukuru.             Murayo matora hakaba hatumiwe abamenyeshamakuru bakora ibiganiro vy’inkino, abakuru b’imirwi y’umupira w’amaguru hamwe n’abaserukira amashirahamwe y’umupira w’amaguru mu ntara. Réverien Ndikuriyo akaba yaramaze imyaka ine atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi “FFB” inyuma yaho asubiriye umupfasoni Lydia Nsekera. Réverien Ndikuriyo akaba azwi ko yateje imbere umupira w’amaguru nu ntara ya Makamba asanzwe avukamwo. Umupira w’amaguru ukaba warateye imbere kandi mu ntara zigize igihugu muriyi myaka ine iheze.              Alexandre Muyenge nawe bahiganwa na Réverien Ndikuriyo akaba yinonora imitsi mu murwi Aleluya FC, akaba anatwara umurwi ujejwe umutekano muri FFB.             Amatora akaba yaciye aba ku musi w’Imana bukeye mu ntara ya Gitega. Réverien Ndikuriyo yaciye atahukana istinzi y’amajwi 48 kuri 50 yabatoye. Aimable Habimana batazira Marandura yaciye atorwa kuba icegera cambere, Denis Karera nawe atorwa kuba umukuru w’umurwi ujejwe ubutunzi, Yusuf Mossi atorwa kuba umukuru w’umurwi ujejwe amahiganwa, Sylvestre Ndayizeye, umukuru w’umurwi ujejwe urwaruka, Ramadhan Kibuga, umukuru w’umurwi uraba ivy’imigenderanire. Mustapha Samugabo acatorwa kuba icegera cakabiri c’umukuru w’umupira w’amaguru mu Burundi.             Mwomenya ko umukuru w’umupira w’amaguru atarenza ibiringo bibiri atwara iryo shirahamwe.
Umurundi ”Largie Ramazani ” yasinye muri Manchester United.
Largie Ramazani, umwana w’imyaka 16, yasinye mu mugwi wa Manchester United kuri uno wa mbere, igenekerezo rya 3 Mukakaro, inyuma ya Victor Lindoelf yaheruka kuja muri uyo mugwi.  Ibinyamakuru bikomeye ku mugabane wa bulaya, vyashize ahabona ko umusore, afise amamuko hano mu gihugu c’Uburundi, ndetse akaba ari naho yavukiye, inyuma y’uko aja mu gihugu c’Ububiligi,  Largie Ramazani yaronse amasezerono my murwi Manchester United.Largie Ramazani, akaba ari umukinyi w’umusatirizi ku numero 10, yatanguiye ivy’ugukina umupira w’amaguru afise imyaka icumi, gushika ku myaka 13 yari mu mugwi wa Anderlecht, abandaniriza mu gihugu c’ubwongereza muri Charlton Athletics, ari naho avuye kuri uno munsi. Largie  agiye gukina mu mugwi w’abakiri bato ba Manchester United, amasezerano akaba yahawe y ikiringo c’umwaka, akazoshikira mw’ishure rya Manchester United, amaze gukwiza imyaka 18, akazohabwa amasezerano nk’umukinyi ahawe akazi akwije imyaka.Ivyo binyamakuru bikanamenyesha ko yariko aronderwa n’imigwi ikomeye nka Chelsea, Arsenal, Fulham, West Ham, Tottenham; Manchester City na Brighton. SRC : Indundi
Uburundi buzohura na Zanzibar mu rukino rwa mbere
Abakinyi cumi na babiri bakina mu Burundi, hamwe n’abakinyi umunani bakina mu bindi bihugu nibo batumweko kugira bazoserukire Uburundi mw’ihiganwa rya CECAFA CHALLENGE CUP 2015 rigiye gutangura mu gihugu ca Ethiopie. Uburundi buri mu muce wa kabiri (Groupe B), urukino rwa mbere rw’Intamba mu rugamba rukaba rutegekanijwe kw’igenekerezo rya 21 Munyonyo 2015. Mu bakinyi cumi na babiri bakina mw’ihiganwa ryo mu Burundi batumweko, cumi n’umwe bose bakina mu murwi wa Vital’O.
Umurwi wa Zanzibar niwo uzokina n’Uburundi urukino rwa mbere rw’izo nkino zizotangura kw’igenekerezo rya 21 Munyonyo 2015 gushika kw’igenekerezo rya 6 Kigarama 2015.  Abakinyi b’INTAMBA MU RUGAMBA batumweko ni : Arakaza Mac Arthur (Vital‘O), Biha Omar (Vital ‘O), Nshimirimana David (Vital‘O), Rugonumugabo Stephane (Vital ‘O), Kiza Fataki (Vital ‘O), Hakizimana Issa (Vital ‘O), Duhayindavyi Gael (Vital ‘O), Nahimana Shassir (Vital ‘O), Barenge Pistis (Vital ‘O), Niyonkuru Nassor (Vital ‘O),Mavugo Laudit (Vital ‘O), Ndikumana Yussuf (LLBS4 Africa), Nizigiyimana Abdoul Karim (Gor Mahia du Kenya),Ndayisenga Fwadi (Sofapaka du Kenya),Tambwe Amissi (Young Africans de la Tanzanie),Kavumbagu Didier (Azam FC de la Tanzanie), Kwizera Pierre (Rayons Sports du Rwanda), Cédric Amissi et Nduwarugira Christophe (Chibuto FC de Mozambique) hamwe na Nzokira Jeff (Djibouti Telecom). Uko ibihugu bigabuye Umuce wa mbere (GROUPE A) :
Ethiopie, Rwanda, Tanzaniya na Somaliya Umuce wa kabiri (GROUPE B) :
Burundi, Ouganda, Kenya na Zanzibar Umuce wa gatatu (GROUPE C) :
Sud Soudan, Soudan, Malawi na Djibouti
Uburundi bwakuwe mw’ihiganwa na RDC : Amwe mu masamu
Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi INTAMBA MU RUGAMBA wasezeye ihiganwa ry’ukurondera imirwi izokwitaba inkino z’igikombe c’isi yose zizobera mu gihugu c’Uburusiya mu mwaka w’2018. Mu rukino rw’ugusubiriza rwabereye mu gisagara ca Kinshasa ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana, Uburundi bwanganije n’umurwi nserukiragihugu wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo (RDC), ku bitsindo bibiri kuri bibiri. Uburundi bwaciye busezera amahiganwa kubera mu rukino rwa mbere rwabereye i Bujumbura kw’igenekerezo rya 12 Munyonyo 2015, Umurwi wa RDC watsinze Uburundi ibitsindo 3 kuri 2. Amasanamu yaranze urwo rukino
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibihuha ni vyinshi ku bagwaye ingwara ya coronavirus m’Uburundi
Kumbuga ngurukana bumenyi hariko haraca amakuru avuga ko m’Uburundi abagwayi bane boba bitavye Imana mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Bikavugwa kandi ko n’umukuru w’Inama nshingamateka nawene ari ku musego biturutse kur’iyo ngwara ya coronavirus yugarije isi yose.  Ayandi makuru nayo akavuga ko umupfasoni w’umukuru w’igihugu nawene yajanywe mu gihugu ca Kenya kwivuza iyo ngwara ibuza umuntu guhema harimwo n’ubushuhe. Abantu nabo bakaguma barungika ubutumwa ku mbuga ngurukana bumenyi bavuga imiti itandukanye yoshobora kuvura no gukinga iyo ngwara ya coronavirus. Ayo makuru rero akaba atarabeshuzwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu benshi bagiriza kutitaba kukamo baba batewe n’abagwayi bibonyeko ibimenyesto vya coronavirus. Inumero za telephone zatanzwe nyinshi zikaba zititaba. Ubwo bushikirangani bw’amagara y’abantu bukaba butaratanga inkuru zikwiye kurabo bagwayi bavugwa hamwe no kuriyo miti abantu bifashisha kugira bivure ingwara ya coronavirus.
Denise Nkurunziza yoba yajanwe muri Kenya kuvurwa Coronavirus
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba akandi yiteguriye gusohoka ku butegetsi, ariwe Denise Bucumi Nkurunziza, yajanwe mu gihugu ca Kenya inyuma yo kwandura umugera wa Coronavirus. Ibinyamakuru vya Kenya biremeza iyo nkuru ko Denise Nkurunziza yuriye indege ejo ku musi wa kane mwibanga ntangere ajanwe ku bitaro vyigenga biri muri kenya avurwe COVID-19. Ikinyamakuru kimwe kinavuga mbere ko nabakaozi bakorera ku kibuga c’indege ca Bujumbura batemerewe kwegera ku nyandiko za Bucumi Denise zo kuja muri Kenya.  Bikavurwa kandi ko yagiye ajanye n’aba garde-corps biwe batatu umwe muribo akaba yaranduye nawe uyo mugera wa Covid-19. Naho ayo makuru yagizwe ibanga ntangere, biraboneka ko ibinyamakuru vyo muri Kenya vyovyo vyaciye bibona icajanye Denise Bucumi mu gihugu ca Kenya ko ari ukwivuze Coronavirus. Umushiikiranganji Thadee Ndikumana naho yahakanye ko yagiye muri Kenya kwivuza Coronavirus ku wa 21 Rusama 2020, ibinyamakuru vya Kenya vyemeza ko yagiyeyo kwivuza Covid-19. Sources: 1. https://metropoltv.co.ke/2020/05/29/burundis-ex-first-lady-airlifted-to-kenya-after-contracting-covid-19/ 2. https://sonkonews.com/burundi-first-lady-airlifted-kenya-covid-19/ 3.https://citizentv.co.ke/news/burundi-first-lady-evacuated-to-kenya-after-contracting-covid-19-334094/
Abasenyeri bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020
Umugwi w’abasenyeri bo mu Burundi, CECAB, bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020.  CECAB ikabona ko naho amatora muri rusangi yabaye mu mutekano, hatabuze ibigenda nabi. CECAB iravuga ko hatabaye ugufata kumwe abakandida bahiganirwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu. “Turababajwe cane n’utunenge twinshi twabaye mu matora ku bijanye n’ubwigenge, umuco mu matora hamwe nukunganisha abahiganwe bose mu kubafata kumwe bitabaye”, niko Joachin Ntahondereye arongoye CECAB yamenyesheje. Ibindi abo basenyeri bavuga bitagenze neza mu matora ni uguhata abahagarariye amatora gusinya ku nzandiko za nyuma zivyavuye mu matora(proces verbaux, ugutora mu kibanza c’abapfuye hamwe n’impunzi hamwe no kuja gutorera abandi incuro nyinshi.  Ibindi umugwi w’abaseneyri uvuga ko bitagenze neza ni kuba hari abatora batoye incuro irenga imwe hamwe no kwirukana abari bahagarariye amatora bo mu mugambwe CNL nabandi hamwe no kubatera ubwoba bikozwe n’abategetsi batwara. Idini rya katolika mu Burundi rikaba ryari risanzwe rifitaniye umubano mubi na leta ya CNDD-FDD kuva mu matora yose yarenganye. Ubwo leta y’Uburundi iza kwishura gute kuri ibi birego vyashizwe ahabona na katolika?
#COVID-19: Umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye Coronavirus
Mu makuru ariko aca ku mbuga nguruakana bumenyi ataremezwa na leta y’Uburundi avuga ko umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye umugera wa Coronavirus. Mu makuru ashirwa ahabona n’ikinyamakuru SOS Media Burundi avuga ko umushikiramganji w’amagara y’Abantu, Thaddee Ndikumana, yoba yajanwe mu gihugu ca Kenya kugira avurwe mu buryo bwihuta kubera Coronavirus yoba yaranduye.  Aya makuru arahuye nayandi avugwa ko mu Burundi ubu hari abarwayi benshi ba Coronavirus naho leta y’Uburundi idashaka kubashira ahabona. Mu misi yahera harabaye iyirukanwa ry’abakozi bakorera Ishirahamwe ryitaho amagara y’Abantu mu Burundi,OMS, hakanavugwa ko hoba harabaye ukutabona kumwe kwa leta y’Uburundi ibijanye no kurwanya ikiza ca COVID-19 mu gihugu c’Uburundi. https://twitter.com/SOSMediasBDI/status/1265192155330547712?s=20 Abarundi baba mu gisagara ca Bujumbura na cane cane bobo barafise ubwoba cane kubera ico kiza bivugwa ko coba gikwiragiye mu bantu ariko kubera ibikoresho vyo gupima bidashika kuri bose ntibabimenye. Mu Burundi gushika ubu hamaze kwandura abantu COVID-19 bashika ku 42 mu barenga amajana atanu bamaze gupimwa mu gisagara ca Bujumbura gusa. Ariko rero , nta numwe mu Barundi baba mu gihugu hagati arigera apimwa umugera wa Coronavirus na cane abarundi baba ku mupaka uhana imbibe n’ibindi bihugu vyanduye cane nka Tanzania hamwe n’Uburundi.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ivy’umupira w’amaguru mu Burundi bibandanya biyangara…
Ivy’umupira w’amaguru mu Burundi bibandanya biyangara kubera ko muri aya mezi nk’angahe aheze Uburundi bwagumye butsidwa cane mu nkino z’umpira w’amaguru. Mu mahiganwa ya CECAFA, nahone ntivyoroshe kubera ko Uburundi buguma butsindwa cane, eka mbere no mu migwi y’abakenyezi kubera kubura indemesho no guterwa intege.  Umwemu bafana b’umupira w’Uburundi yaragize ico avuga kuri izi nkino za CECAFA ukuntu Uburundi buguma butsindwa. Soma kandi: Ukutumvikana: Bamwe babona ko umumenyereza w’intambamurugamba yotanga imihoho abandi siko babibona “Birababaje kubona Uburundi butsindwa n’igihugu nka Eritrea kiri mu kibanza ca 205  muri FIFA hama Uburundi nabwo bukaba buri ku kibanza ca 151, eka mbere n’igihugu c’Ubuganda ntigikomeye cane kudusumvya umupira ku buryo codustinda”, niko uwo mufana yavuze. Abafana nubu babadanya bata ishavu ku mumenyereza w’Intamba mu Rugamb, Olivier Niyungeko, batazira Mtombola, ko ataco ashoboye yotanga imihoho agasubirizwa n’uwundi abishoboye. Ariko rero, nabakinyi nabonyene barafise uruhara mu kuryohora uko boza baratsinda inkino zabo.
Umumenyereza w’Intamba m’Urugamba araremesha abarororezi
Olivier Niyungeko, umumenyereza mukuru w’Intamba m’Urugamba amenyesha ko bibaho gutsindwa kandi bishikira imirwi myinshi y’imipira y’amaguru kandi ikomeye cane kw’isi. Ivyo akaba yabivugiye mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kur’uyu wa mbere. Aho ni mugihe kumusi w’ejo kuwa kabiri Intamba m’Urugamba zizohura n’umurwi nserukira gihugu wa Maroc.  Ivyo akaba yabivuze kubibazo vy’abamenyeshamakuru aho babaza igituma umurwi nserukira gihugu Intamba m’Urugamba ziguma zitsindwa mu nkino nyinshi zimaze gukora. Olivier Niyungeko nawene yigeze gukina mu Ntamba m’Urugamba yamenyesheje ko n’ibihugu vyarutura mu mupira w’amaguru bihora bishika bikagera mu bihe bigoye ariko bakabandanya bubaka imirwi yabo. Asaba abarororezi kwizera no kurera kuvuga amajambo yo kwihebura. Urwo rukino ruzoba ejo ku mus iwa kabiri rukaba ruri mu mahiganwa yo gukurakuranamwo mu ntumbero yo gutora imirwi nserukira bihugu izoja guhiganirwa igikombe ca Afrika. Uburundi bukaba buheruka gutsindwa na Centrafrique mu gisagara ca Bangui. Benshi bakabona ko umurwi wa Maroc ukomeye gusumba Centrafrique abandi nabo bakizera ko umurwi nserukira gihugu w’Uburundi ushobora kuvyifatamwo neza.
Intamba m’Urugamba z’abakobwa zaryoheye abarundi
Mu gihe Intamba z’abahungu zimaze igihe zidatsindwa n’imirwi nserukira bihugu muri Afrika, Intamba z’abakobwa zatsinze izinga ya Zanzibar ikukira igihugu ca Tanzanira. Intamba m’Urugamba z’abakobwa zikaba zatsinze kandi bikomeye Zanzibar ibitsindo bitanu k’ubusa, bakaba bariko bakinira igikombe CECAFA.  Urwo rukino rukaba rwabereye mw’izinga Zanzibar kur’uyu wa gatandatu. Abakunzi b’umupira w’amaguru m’Uburundi bakaba baryohewe cane nkuko biboneka ku mbuga ngurukana bumenye haba kuri facebook, tweeter canke kuri whatsapp. Bakamenyesha kw’abo bakobwa bashoboye gusumvya abahungu bamaze igihe batsindwa bariko baraserukira Uburundi. Mwomenya ko kumusi wakabiri itariki 19 munyonyo uyu mwaka Intamba m’Urugamba z’abahungu zizohura na Maroc aha i Bujumbura, bakaba bariko barahiganwa kugira bazoje mu nkino zanyuma zizobera mu gihugu ca Cameroun mu mwaka wa 2021 aho hazobera inkino z’igikombe ca Afrika. Umumenyereza Olivier Niyungeko akaba ari mu yabira mu gihe aheruka gutsindirwa mu gihugu ca Centrafrika ibitsindo bibiri kuri kimwe hamwe n’igihugu ca Ouganda.  Ariko uyu mumenyereza akaba yarashikanye ubwambere Uburundi mu nkino za CAN2019 zabereye mu gihugu ca Misiri.
Ukutumvikana: Bamwe babona ko umumenyereza w’intambamurugamba yotanga imihoho abandi siko babibona
Inyuma yo gutsindwa n’igihugu ca Centrafrique ibitsindo bibiri ku busa, umumenyereza w’intamba mu rugamba, Olivier Niyungeko ntibigiye kumworohera. Hariko hibonekeza ukutumvikana mbere no mu betegetsi mu biro vy’umukuru w’igihugu ku kuntu Olivier Niyungeko atazirwa Mutombora ko yobandanya canke agatanga imihoho. Bamwe babona ko umumenyereza w’intambamurugamba yotanga imihoho abandi siko babibona.  Abo nabo batabona ibintu kumwe ni Renovat Sindayihebura na Willy Nyamitwe, bose bakora mu biro vy’umukuru w’igihugu. “Ku bwanje mbona ko Olivier Niyungeko yotanga imihoho, atari kubera ukubura ubuhinga ariko kubera kubura ivyamwa vyiza[mu mupira w’amaguru], niko Renovat Sindayihebura avuga. Ku bwivyo vya Renovat, Willy Nyamitwe nawe aca avuga ko adashigikiye ko Olivier Niyungeko yotanga imihoho. “Sinshigikiye iciyumviro cawe[Renovat Sindayihebura], nibaza ko Olivier Niyungeko abishoboye cane mu gikorwa ciwe[co kumenyereza umugwi w’intambamurugamba].….hariho ibindi biri inyuma y’ukwo gutsindwa…mbona ko leta yoshira uburyo bukwiye mu mupira w’amaguru hamwe no gushigikira abakinyi”, niko Willy Nyamitwe yishuye Renovat. Biragaragara ko ikurwa rya Olivier Niyungeko mu kumenyereza intamabamu rugamba ririko ryegereza ahubwo ko hasigaye gusa ukwumvikana hagati y’abamutwara. Wewe nawe ubona ko Olivier Niyungeko yotanga imihoho canke yobandanya? Un débat contradictoire au sein du système ? ! « Il ne faut jamais désespérer », dit-on ! #Burundi pic.twitter.com/LiXKD2eygj — Gilbert Bukeyeneza (@g_bukeyeneza) November 14, 2019
Intamba m’Urugamba zastinzwe n’igihugu ca RCA
Ibitsindo bibiri nivyo vinjinjwe n’umurwi nserukira gihugu ca Republika ya Centrafricaine kur’uyu wa gatatu aho bariko barakinira mu gisagara Bangui k’umurwa mukuru w’ico gihugu. Igihugu c’Uburundi kikaba kiriko kirahiganirwa kandi kuja mu mahiganwa yanyuma y’igikombe ca Afrika kizoba mu mwaka wa 2021. Uburundi bukaba buri mu murwi E urimwo ibihugu Maroc, Mauritanie na RCA.  Urukino ruzokwirikira rukazobera mu gisagara ca Bujumbura itariki 19 Munyonyo rukazohuza Uburundi na Maroc. Uburundi bukaba bwaheruka kuja mu mahiganwa yanyuma y’igikombe ca Afrika aheruka kuba mur’uno mwaka w’i 2019. Umumenyereza w’Intamba m’Urugamba, Olivier Niyungeko, akaba yari yaragize amahigwe arashikana Uburundi ubwambere mur’iryo higanwa ryanyuma.
Nyuma yo kuronderwa n’imigwi myinshi,umukinyi Mavugo Laudit ntakivuye muri Vitalo’o fc.
Umusatirizi w’umugwi wa Vitalo’o fc Mavugo Laudit ntakivuye mu mugwi wa Vitalo’o nkuko benshi bari bamaze iminsi bavyibaza ko ashobora kuwuvamwo akerekeza mu yindi migwi yo murika karere yariko iramurondera ari myinshi cane.  Mu kiganiro ikinyamakuru canyu ubmnews caraye kigiranye nuyo mukinyi akaba yatumenyesheje ko uyu mwaka azokinira umugwi wa Vitalo;o fc kuko amasezerano yiwe afitaniye nuyo mugwi atararangarira ariko akamenyesha ko imigwi yari mukeneye yari myinshi cane kandi imwe namahera yari yamaze kuyatanga.
Mavugo Laudit akaba ariwe mukinyi yatsinze ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa riheruka kurangira aho yatsinze ibitsindo 32 akaba kandi ari nawe yatowe nk’umukinyi mwiza(meilleur joueur)aho yashoboye kurusha abakinyi nka Abbass Nshimirimana na Shassir Nahimana.
Saido Ntibazonkiza ngo ntazopfa yibagiye urukino rwabahuje n’urwanda.
Umukinyi w’umurundi Saido Ntibazonkiza yamenyesheje ko mu nkino zose amaze gukinira umugwi nserukira gihugu w’uburundi Intamba mu rugamba;urukino atazopfa yaribagiye kwari urukino rwabahuje n’urwanda hari kuri Stade Prince Louis Rwagasore.
Saido ati:urukino rwaduhuje n’urwanda n’urukino ntazopfa ntibagiye kuko nurukino nakomerekeyemwo kujisho gushikaho bambaga. Saido Ntibazonkiza akaba ari umukinyi w’umurundi ariko muri kino gihe akaba ata mugwi afise.
Azam Fc ya Didier Kavumbagu niwo waraye utahukanye igikombe ca Cecafa...
Umugwi Azam Fc wo mu gihugu ca Tanzania usanzwe ukinamwo umurudi Didier Kvumbagu  niwo waraye utahukanye igikombe ca cecafa kagame cup,nyuma yo gutsinda mu rukino rwa nyuma umugwi wa Gor Mahia wo mu gihugu ca kenya ibitsindo 2 ku 0  Naho umugwi wa Azam fc waraye utahukanye igikombe ca cecafa kagame cup imbere yuko urwo rukino rutangura umugwi wa Gor Mahia usanzwe ukinamwo umukinyi w’umurundi Karim nizigiyimana Mckenze niwo wahabwa amahigwe yo gutahukana iryo higanwa Ibitsindo vya Azam fc bikaba vyatsinzwe na John Bocco ku munota wa 15 w’igice ca mbere,Kipre tchetchea nawe atsinda igitsindo ca 2 mu gice ca kabiri
Uwahoze ari icegera c’Umukuru w’Igihugu nawe yanyaze amagara arahunga igihugu
Inyuma yaho akuriwe mu mabanga y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu hakugarwa ishirahamwe ryiwe  ry’ugutumatumanako amakuru TEMPO, Bernard Busokoza yahavuye anyaga amaga arahunga uburundi aciye mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Uwo mushingamateka akaba yahoze ari n’icegera c’umukuru w’igihugu ku mupaka uhereranye na Gisenyi mu Rwanda aho yaciye ntiyoroherejwe kuko yinjiye igihugu c’urwanda ata vyangombwa afise bivanye n’uko bashatse kumufata mu gutevya kumuha uruhusha rwo kurangana ku ruhande rw’Uburundi, afata ingingo yo kubereka ubworo bw’ikirenga. Muri uwo mwanya bari bagitebaganye, umushikirizamanza wa republika y’Uburundi mu ntara ya Kirundo akaba yariko araja ku mupaka ngo asohore umutahe wo kumuhagarika. Ivyo bibaye mu gihe icegera ca Kabiri c’umukuru w’igihugu yaheruka gushikirizagushikiriza ko adashigikiye ikiringo ca gatatu c’Umukuru w’Igihuguc’Uburundi. Uwo mushingamateka akaba kandi aturuka mu mugambwe UPRONA utemewe n’ubutegetsi bwa Bujumbura utwarwa na Karori Nditije.
Umukuru w’igihugu  ”Petero Nkurunziza ” yatowe nk’umukinyi w’ambere azi gukina...
Umwaka w’inkino w’2013 warereye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mu murwi Hallelua FC w’umupira w’amaguru asanzwe akinamwo. Petero Nkurunziza, umukinyi w’umusatirizi akina imbere yambaye inomero icenda niwe yatahukanye ikibanza c’umukinyi yinjije ibitsindo vyinshi, kandi yerekanye inkino nziza kurusha abandi bose mu mwaka w’2013.  Ku myaka y’amavuka irenga mirongo itanu, Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi yareretse abandi bakinana mu murwi Hallelua FC ko ubusaza atagira namba. Mu nkino 28 zabereye mu ntara zitandukanye zigize igihugu c’Uburundi, umukinyi w’imbere Petero Nkurunziza yashoboye kwinjiza wenyene ibitsindo 39, ari navyo vyamuhaye ikibanza ca mbere c’abafise ibitsindo vyinshi mu mwaka w’2013. Ntivyahereye ngaho, kuko yarongeye atorwa kuba ariwe mukinyi yerekana urukino rwiza, mu buhinga no mu tundi tugenegene turyohera ijisho mu kibuga.  Abantu bazi Petero Nkurunziza kuva akiri umunyeshure mu mashure yisumbuye, bamenyesha ko yamye akunda inkino, akaba yari n’umukinyi w’igihangange mu mupira w’amaguru. Amaze guheza amashure ya kaminuza, yaramenyereje umurwi w’umupira w’amaguru “Union Sporting”, imbere y’uko ahunga igihugu akinjira ishamba. Amaze kugaruka, yaciye yegeranya abo bahora bakinana, baca bashinga umurwi “HALLELUA FC”, ugizwe n’abakukuruke bakunda umupira w’amaguru, yongera atanguza mu mwaka w’2004, ishure ry’umupira w’amaguru “Le Message”.
Uwundi mukinyi w’umurwi nserukiragihugu atazoja muri CHAN 2014
Inyuma y’iminsi itari mike umurwi wa Kiyovu Sport wo mu gihugu c’Urwanda uriko ugirana ibiganiro na Christian Mbirizi wo muri Vital’O FC, ari nawe yabaye umukinyi mwiza muri CECAFA Kagame cup 2013, igikombe giheruka gutahukanwa na Vital’O FC. Nk’uko bagenzi bacu mu gihugu c’Urwanda babimenyesha, Christian Mbilizi yitezwe mu gihugu c’Urwanda ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu, aho agiye gukinira umurwi wa Kiyovu Sport.  Umuyobozi wa Kiyovu Sport, Norbert Sendege, aganira na IGIHE yamenyesheje ko umumenyereza Kanyankole (nawe nyene yahora muri Vital’O) yari yashimye uwo murwi ariko akavuga ko hakibuze abakinyi b’inaribonye, cane cane abakina imbere n’abakinyi bo hagati. Niyo mpamvu bipfuje umukinyi wa Vital’O FC, Christian Mbirizi, ari nawe yafashije umurwi wiwe wa Vital’O FC gutwara igikombe ca CECAFA Kagame cup 2013 muri Sudani y’amaja epfo, yongera atorwa kuba umukinyi mwiza muri iryo higanwa. Sendege yagize ati : “ Christian Mbirizi arashika i Kigali ku mugoroba w’uno munsi kuwa gatatu, aheze ashira umukono ku masezerano ya Kiyovu Sport, co kimwe n’uwundi mukinyi yitwa Ally yanakinye ku rukino rwa kivandimwe n’Amavubi (Umurwi nserukiragihugu w’Urwanda.” Sources : IGIHE BURUNDI
Kiungo mchezeshaji wa Simba SC, Mrisho Ngassa (kulia) akiichambua
KOCHA Msaidizi wa Simba, Jamhuri Kihwelo ‘Julio’, amemwambia kiungo mchezeshaji wa timu hiyo, Mrisho Ngassa, kwamba atakuwa amefanya kosa kubwa kama akiondoka Msimbazi.
Kauli hiyo ya Julio inakuja wakati Ngassa akiwa anaelekea kumaliza muda wake wa kuichezea Simba kwa mkopo mwishoni mwa msimu huu. Pia atakuwa amemaliza mkataba na Azam FC inayommiliki.
Ngassa amekuwa akiripotiwa kuwa tayari ameshasaini mkataba na Yanga, lakini amewahi kukanusha suala hilo mbele ya viongozi wa Simba.
Lakini Julio amemwambia anatakiwa ahakikishe anabaki Msimbazi, kwani anaweza kupata mafanikio zaidi akiwa klabuni hapo kuliko katika kikosi kingine chochote hapa nchini.
Julio alisema Ngassa ana nafasi kubwa ya kupata maendeleo makubwa endapo atabaki Simba, kutokana na sera ya timu hiyo kutokuwa na kigugumizi juu ya kuuza nyota wake nje ya nchi kwa fedha nyingi kuliko timu yoyote hapa nchini.
“Sioni sababu ya Ngassa kurudi Yanga wala Azam, huko kote alishacheza na hakuna jipya alilopata, Simba ndiyo timu pekee ambayo itamfanya apate mafanikio zaidi kwa hapa nchini.
“Najua jukumu la kuamua hatima ya maisha yake anayo yeye mwenyewe, lakini namshauri kama mwanangu, ikiwa anataka mafanikio zaidi kuliko ilivyo sasa anatakiwa kubaki hapa ambapo patamrahisishia mengi au kama akishindwa basi aende nje ya Tanzania,” alisema Julio.
Manji awapa Twite, Yondani Sh 100m
Taarifa za uhakika kutoka ndani ya Yanga zinaeleza kuwa, Manji amezungumza na wachezaji hao uso kwa uso na kuwaambia Sh milioni 100 ni mali yao kama watatimiza anachotaka.
Chanzo cha uhakika kutoka ndani ya Yanga kimeeleza kuwa, Manji amewaambia wachezaji hao kwamba anachotaka ni kushinda mechi zote tano (kabla ya juzi) zilizobaki za ligi ikiwemo ile ya Simba.
“Mechi ya kwanza ilikuwa ni dhidi ya Oljoro, ni kama vile wachezaji wameshaanza kumla ng’ombe. Maana wameshinda mechi moja na zimebaki nne,” kilieleza chanzo cha uhakika.
“Hii si hadithi, Manji mwenyewe alikuja kambini na kuzungumza na wachezaji na kuwaambia nia yake hiyo. Lakini kitu kizuri zaidi, dau hilo la shilingi milioni mia linaweza kuzidi kwa kuwa amewaambia katika mechi dhidi ya Simba atatoa ahadi mpya.
“Maana yake wanatakiwa kushinda mechi nne zilizobaki kwanza, maana tukishinda mechi tatu, tayari sisi ni mabingwa. Lakini Manji amesema anataka ushindi wa mechi zote tano.
“Wachezaji wanalijua hilo na umeona juhudi zimeanza katika mechi ya kwanza dhidi ya Oljoro. Lakini kikosi kiko vizuri, mimi ninaamini watashinda mechi zote zilizobaki.”
Taarifa zinaeleza kuwa, huenda Manji akaongeza dau hadi kufikia Sh milioni 150 watakapokutana na Simba Mei 18 katika mechi ya mwisho ya ligi hiyo.
Manji amewaambia wachezaji wa Yanga kuwa, anataka wachukue ubingwa, lakini hautanoga bila ya kuifunga Simba ambayo msimu uliopita iliwatwanga mabao 5-0 halafu ikachukua na ubingwa.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibihuha ni vyinshi ku bagwaye ingwara ya coronavirus m’Uburundi
Kumbuga ngurukana bumenyi hariko haraca amakuru avuga ko m’Uburundi abagwayi bane boba bitavye Imana mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Bikavugwa kandi ko n’umukuru w’Inama nshingamateka nawene ari ku musego biturutse kur’iyo ngwara ya coronavirus yugarije isi yose.  Ayandi makuru nayo akavuga ko umupfasoni w’umukuru w’igihugu nawene yajanywe mu gihugu ca Kenya kwivuza iyo ngwara ibuza umuntu guhema harimwo n’ubushuhe. Abantu nabo bakaguma barungika ubutumwa ku mbuga ngurukana bumenyi bavuga imiti itandukanye yoshobora kuvura no gukinga iyo ngwara ya coronavirus. Ayo makuru rero akaba atarabeshuzwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu benshi bagiriza kutitaba kukamo baba batewe n’abagwayi bibonyeko ibimenyesto vya coronavirus. Inumero za telephone zatanzwe nyinshi zikaba zititaba. Ubwo bushikirangani bw’amagara y’abantu bukaba butaratanga inkuru zikwiye kurabo bagwayi bavugwa hamwe no kuriyo miti abantu bifashisha kugira bivure ingwara ya coronavirus.
Denise Nkurunziza yoba yajanwe muri Kenya kuvurwa Coronavirus
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba akandi yiteguriye gusohoka ku butegetsi, ariwe Denise Bucumi Nkurunziza, yajanwe mu gihugu ca Kenya inyuma yo kwandura umugera wa Coronavirus. Ibinyamakuru vya Kenya biremeza iyo nkuru ko Denise Nkurunziza yuriye indege ejo ku musi wa kane mwibanga ntangere ajanwe ku bitaro vyigenga biri muri kenya avurwe COVID-19. Ikinyamakuru kimwe kinavuga mbere ko nabakaozi bakorera ku kibuga c’indege ca Bujumbura batemerewe kwegera ku nyandiko za Bucumi Denise zo kuja muri Kenya.  Bikavurwa kandi ko yagiye ajanye n’aba garde-corps biwe batatu umwe muribo akaba yaranduye nawe uyo mugera wa Covid-19. Naho ayo makuru yagizwe ibanga ntangere, biraboneka ko ibinyamakuru vyo muri Kenya vyovyo vyaciye bibona icajanye Denise Bucumi mu gihugu ca Kenya ko ari ukwivuze Coronavirus. Umushiikiranganji Thadee Ndikumana naho yahakanye ko yagiye muri Kenya kwivuza Coronavirus ku wa 21 Rusama 2020, ibinyamakuru vya Kenya vyemeza ko yagiyeyo kwivuza Covid-19. Sources: 1. https://metropoltv.co.ke/2020/05/29/burundis-ex-first-lady-airlifted-to-kenya-after-contracting-covid-19/ 2. https://sonkonews.com/burundi-first-lady-airlifted-kenya-covid-19/ 3.https://citizentv.co.ke/news/burundi-first-lady-evacuated-to-kenya-after-contracting-covid-19-334094/
Abasenyeri bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020
Umugwi w’abasenyeri bo mu Burundi, CECAB, bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020.  CECAB ikabona ko naho amatora muri rusangi yabaye mu mutekano, hatabuze ibigenda nabi. CECAB iravuga ko hatabaye ugufata kumwe abakandida bahiganirwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu. “Turababajwe cane n’utunenge twinshi twabaye mu matora ku bijanye n’ubwigenge, umuco mu matora hamwe nukunganisha abahiganwe bose mu kubafata kumwe bitabaye”, niko Joachin Ntahondereye arongoye CECAB yamenyesheje. Ibindi abo basenyeri bavuga bitagenze neza mu matora ni uguhata abahagarariye amatora gusinya ku nzandiko za nyuma zivyavuye mu matora(proces verbaux, ugutora mu kibanza c’abapfuye hamwe n’impunzi hamwe no kuja gutorera abandi incuro nyinshi.  Ibindi umugwi w’abaseneyri uvuga ko bitagenze neza ni kuba hari abatora batoye incuro irenga imwe hamwe no kwirukana abari bahagarariye amatora bo mu mugambwe CNL nabandi hamwe no kubatera ubwoba bikozwe n’abategetsi batwara. Idini rya katolika mu Burundi rikaba ryari risanzwe rifitaniye umubano mubi na leta ya CNDD-FDD kuva mu matora yose yarenganye. Ubwo leta y’Uburundi iza kwishura gute kuri ibi birego vyashizwe ahabona na katolika?
#COVID-19: Umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye Coronavirus
Mu makuru ariko aca ku mbuga nguruakana bumenyi ataremezwa na leta y’Uburundi avuga ko umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye umugera wa Coronavirus. Mu makuru ashirwa ahabona n’ikinyamakuru SOS Media Burundi avuga ko umushikiramganji w’amagara y’Abantu, Thaddee Ndikumana, yoba yajanwe mu gihugu ca Kenya kugira avurwe mu buryo bwihuta kubera Coronavirus yoba yaranduye.  Aya makuru arahuye nayandi avugwa ko mu Burundi ubu hari abarwayi benshi ba Coronavirus naho leta y’Uburundi idashaka kubashira ahabona. Mu misi yahera harabaye iyirukanwa ry’abakozi bakorera Ishirahamwe ryitaho amagara y’Abantu mu Burundi,OMS, hakanavugwa ko hoba harabaye ukutabona kumwe kwa leta y’Uburundi ibijanye no kurwanya ikiza ca COVID-19 mu gihugu c’Uburundi. https://twitter.com/SOSMediasBDI/status/1265192155330547712?s=20 Abarundi baba mu gisagara ca Bujumbura na cane cane bobo barafise ubwoba cane kubera ico kiza bivugwa ko coba gikwiragiye mu bantu ariko kubera ibikoresho vyo gupima bidashika kuri bose ntibabimenye. Mu Burundi gushika ubu hamaze kwandura abantu COVID-19 bashika ku 42 mu barenga amajana atanu bamaze gupimwa mu gisagara ca Bujumbura gusa. Ariko rero , nta numwe mu Barundi baba mu gihugu hagati arigera apimwa umugera wa Coronavirus na cane abarundi baba ku mupaka uhana imbibe n’ibindi bihugu vyanduye cane nka Tanzania hamwe n’Uburundi.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ivy’umupira w’amaguru mu Burundi bibandanya biyangara…
Ivy’umupira w’amaguru mu Burundi bibandanya biyangara kubera ko muri aya mezi nk’angahe aheze Uburundi bwagumye butsidwa cane mu nkino z’umpira w’amaguru. Mu mahiganwa ya CECAFA, nahone ntivyoroshe kubera ko Uburundi buguma butsindwa cane, eka mbere no mu migwi y’abakenyezi kubera kubura indemesho no guterwa intege.  Umwemu bafana b’umupira w’Uburundi yaragize ico avuga kuri izi nkino za CECAFA ukuntu Uburundi buguma butsindwa. Soma kandi: Ukutumvikana: Bamwe babona ko umumenyereza w’intambamurugamba yotanga imihoho abandi siko babibona “Birababaje kubona Uburundi butsindwa n’igihugu nka Eritrea kiri mu kibanza ca 205  muri FIFA hama Uburundi nabwo bukaba buri ku kibanza ca 151, eka mbere n’igihugu c’Ubuganda ntigikomeye cane kudusumvya umupira ku buryo codustinda”, niko uwo mufana yavuze. Abafana nubu babadanya bata ishavu ku mumenyereza w’Intamba mu Rugamb, Olivier Niyungeko, batazira Mtombola, ko ataco ashoboye yotanga imihoho agasubirizwa n’uwundi abishoboye. Ariko rero, nabakinyi nabonyene barafise uruhara mu kuryohora uko boza baratsinda inkino zabo.
Umumenyereza w’Intamba m’Urugamba araremesha abarororezi
Olivier Niyungeko, umumenyereza mukuru w’Intamba m’Urugamba amenyesha ko bibaho gutsindwa kandi bishikira imirwi myinshi y’imipira y’amaguru kandi ikomeye cane kw’isi. Ivyo akaba yabivugiye mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kur’uyu wa mbere. Aho ni mugihe kumusi w’ejo kuwa kabiri Intamba m’Urugamba zizohura n’umurwi nserukira gihugu wa Maroc.  Ivyo akaba yabivuze kubibazo vy’abamenyeshamakuru aho babaza igituma umurwi nserukira gihugu Intamba m’Urugamba ziguma zitsindwa mu nkino nyinshi zimaze gukora. Olivier Niyungeko nawene yigeze gukina mu Ntamba m’Urugamba yamenyesheje ko n’ibihugu vyarutura mu mupira w’amaguru bihora bishika bikagera mu bihe bigoye ariko bakabandanya bubaka imirwi yabo. Asaba abarororezi kwizera no kurera kuvuga amajambo yo kwihebura. Urwo rukino ruzoba ejo ku mus iwa kabiri rukaba ruri mu mahiganwa yo gukurakuranamwo mu ntumbero yo gutora imirwi nserukira bihugu izoja guhiganirwa igikombe ca Afrika. Uburundi bukaba buheruka gutsindwa na Centrafrique mu gisagara ca Bangui. Benshi bakabona ko umurwi wa Maroc ukomeye gusumba Centrafrique abandi nabo bakizera ko umurwi nserukira gihugu w’Uburundi ushobora kuvyifatamwo neza.
Intamba m’Urugamba z’abakobwa zaryoheye abarundi
Mu gihe Intamba z’abahungu zimaze igihe zidatsindwa n’imirwi nserukira bihugu muri Afrika, Intamba z’abakobwa zatsinze izinga ya Zanzibar ikukira igihugu ca Tanzanira. Intamba m’Urugamba z’abakobwa zikaba zatsinze kandi bikomeye Zanzibar ibitsindo bitanu k’ubusa, bakaba bariko bakinira igikombe CECAFA.  Urwo rukino rukaba rwabereye mw’izinga Zanzibar kur’uyu wa gatandatu. Abakunzi b’umupira w’amaguru m’Uburundi bakaba baryohewe cane nkuko biboneka ku mbuga ngurukana bumenye haba kuri facebook, tweeter canke kuri whatsapp. Bakamenyesha kw’abo bakobwa bashoboye gusumvya abahungu bamaze igihe batsindwa bariko baraserukira Uburundi. Mwomenya ko kumusi wakabiri itariki 19 munyonyo uyu mwaka Intamba m’Urugamba z’abahungu zizohura na Maroc aha i Bujumbura, bakaba bariko barahiganwa kugira bazoje mu nkino zanyuma zizobera mu gihugu ca Cameroun mu mwaka wa 2021 aho hazobera inkino z’igikombe ca Afrika. Umumenyereza Olivier Niyungeko akaba ari mu yabira mu gihe aheruka gutsindirwa mu gihugu ca Centrafrika ibitsindo bibiri kuri kimwe hamwe n’igihugu ca Ouganda.  Ariko uyu mumenyereza akaba yarashikanye ubwambere Uburundi mu nkino za CAN2019 zabereye mu gihugu ca Misiri.
Ukutumvikana: Bamwe babona ko umumenyereza w’intambamurugamba yotanga imihoho abandi siko babibona
Inyuma yo gutsindwa n’igihugu ca Centrafrique ibitsindo bibiri ku busa, umumenyereza w’intamba mu rugamba, Olivier Niyungeko ntibigiye kumworohera. Hariko hibonekeza ukutumvikana mbere no mu betegetsi mu biro vy’umukuru w’igihugu ku kuntu Olivier Niyungeko atazirwa Mutombora ko yobandanya canke agatanga imihoho. Bamwe babona ko umumenyereza w’intambamurugamba yotanga imihoho abandi siko babibona.  Abo nabo batabona ibintu kumwe ni Renovat Sindayihebura na Willy Nyamitwe, bose bakora mu biro vy’umukuru w’igihugu. “Ku bwanje mbona ko Olivier Niyungeko yotanga imihoho, atari kubera ukubura ubuhinga ariko kubera kubura ivyamwa vyiza[mu mupira w’amaguru], niko Renovat Sindayihebura avuga. Ku bwivyo vya Renovat, Willy Nyamitwe nawe aca avuga ko adashigikiye ko Olivier Niyungeko yotanga imihoho. “Sinshigikiye iciyumviro cawe[Renovat Sindayihebura], nibaza ko Olivier Niyungeko abishoboye cane mu gikorwa ciwe[co kumenyereza umugwi w’intambamurugamba].….hariho ibindi biri inyuma y’ukwo gutsindwa…mbona ko leta yoshira uburyo bukwiye mu mupira w’amaguru hamwe no gushigikira abakinyi”, niko Willy Nyamitwe yishuye Renovat. Biragaragara ko ikurwa rya Olivier Niyungeko mu kumenyereza intamabamu rugamba ririko ryegereza ahubwo ko hasigaye gusa ukwumvikana hagati y’abamutwara. Wewe nawe ubona ko Olivier Niyungeko yotanga imihoho canke yobandanya? Un débat contradictoire au sein du système ? ! « Il ne faut jamais désespérer », dit-on ! #Burundi pic.twitter.com/LiXKD2eygj — Gilbert Bukeyeneza (@g_bukeyeneza) November 14, 2019
Intamba m’Urugamba zastinzwe n’igihugu ca RCA
Ibitsindo bibiri nivyo vinjinjwe n’umurwi nserukira gihugu ca Republika ya Centrafricaine kur’uyu wa gatatu aho bariko barakinira mu gisagara Bangui k’umurwa mukuru w’ico gihugu. Igihugu c’Uburundi kikaba kiriko kirahiganirwa kandi kuja mu mahiganwa yanyuma y’igikombe ca Afrika kizoba mu mwaka wa 2021. Uburundi bukaba buri mu murwi E urimwo ibihugu Maroc, Mauritanie na RCA.  Urukino ruzokwirikira rukazobera mu gisagara ca Bujumbura itariki 19 Munyonyo rukazohuza Uburundi na Maroc. Uburundi bukaba bwaheruka kuja mu mahiganwa yanyuma y’igikombe ca Afrika aheruka kuba mur’uno mwaka w’i 2019. Umumenyereza w’Intamba m’Urugamba, Olivier Niyungeko, akaba yari yaragize amahigwe arashikana Uburundi ubwambere mur’iryo higanwa ryanyuma.
FISTON ABDOULAZAK ARIKO ARONDERWA N’IMIGWI MYINSHI KUBERA NGWAZI GUKINA NEZA.
Umukinyi w’umurundi Fiston Abdoulazak ariko aronderwa n’imigwi myinshi ya buraya nkuko uyo mukinyi yashoboye kubishikiriza mu kiganiro yagiranye n’umwe mu bamenyeshamakuru bo ngaha mu burundi imbere yuko urukino rwahuje umugwi INTAMBA MU RUGAMBA n’umugwi wa SYCHELLES kuri Stade Prince Louis Rwagasore ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 13/10/2015.  Fiston Abdoulazak ati:nyuma y’urukino rwabereye mu gihugu ca SYCHELLES hari abantu benshi bandondeye nyuma y’urukino bambaza aho nkina,bambwira ko nkina neza,bambwira ko bazondondera kugira nkinire imigwi yabo.  Fiston Abdoulazak akaba ariwe yatsindiye INTAMBA MU RUGAMBA mu nkino zose zahuje umugwi wa SYCHELLES n’INTAMBA MU RUGAMBA.
Urukundo Mac Arthur ARAKAZA akunda abana bo mw’ibarabara nirwo rutuma baza...
Urukundo Mac Arthur akunda abana bo mw’ibarabara nirwo rutuma baza ku mushigikira ku bwinshi ku nkino aba ariko arakina yaba mu mugwi wiwe wa Vitalo’o fc canke mu mugwi nserukira gihugu w’uburundi INTAMBA MU RUGAMBA.  Mu kiganiro ikinyamakuru canyu ubmnews.com cagiranye na bamwe muri abo bana bakaba batubwiye ko kuri bo Mac Arthur Arakaza ari nk’umuvyeyi wabo kuko ibintu ngo abakorera ntibisanzwe kuko ahora abatumira bagasangira akabatekerera n’impanuro ingene bashobora kwibeshaho mu buzima kugira batere imbere bashike kuvyo bifuza gushikako.  Mwomenyako Mac Arthur ARAKAZA ari umwe mu banyezamu bamaze kwiyandikishiriza amteka mu mupira w’amaguru mu Burundi.   Amwe mu ma photo ya Mac Arthur n’abana basanzwe bamukunda
AZAM TV niyo igiye gufata mu mugongo ihiganwa rishasha rya PRIMUS...
Imboneshakure yo mu gihugu ca Tanzania ya AZAM TV niyo igiye gufata mu mugongo ihiganwa rishasha rya PRIMUS LEAGUE ryatanguye ku munsi wa gatandatu igenkerezo rya 12/9/2015 aho iyo mboneshakure igiye kuza irerekana inkino zose ziryo higanwa.
Nkuko iyo mboneshakure yabimenyesheje mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru bakaba bavuze ko bategerezwa gutangura kwerekana inkino ziryo higanwa kuva ku munsi wa mbere w’iryo higanwa ariko kuko ngo habaye akagorane gato nico gituma batashoboye kwerekana inkino za mbere ziryo higanwa ariko ngo izigiye gukurikira bazozerekana.
Twobamenyeshako ihiganwa rishasha rya PRIMUS LEAGUE ryatanguye ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 12/9/2015.
ARAKAZA Mac Athur yoba atarasinya amasezerano mashasha n’umugwi wa VITALO’O FC
Umunyezamu w’umugwi wa VITALO’O FC ARAKAZA mac Arthur yoba atarasinya amasezerano mashasha n’umugwi wiwe wa VITALO’O FC nkuko amakuru ikinyamakuru canyu ubmnews.com dukesha abegereye uyo mugwi wa VITALO’O FC.  ARAKAZA Mac Arthur akaba yari asanzwe afise amasezerano y’umwaka umwe n’umugwi wa VITALO’O FC.
Twobamenyesha ko uyo munyezamu w’umugwi wa VITALO’O FC ashobora gusiba urukino rwa mbere rw’ihiganwa ruzobahuza n’umugwi wa Flambea de l’Est ruzoba kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 12/9/2015 mu Ruyigi.
Nyuma yo gutsinda NIGER,Umukinyi umwe wese w’INTAMBA MU RUGAMBA yahawe ibihumbi...
Nyuma yo gutahukana amanota 3 mu rukino rwabahuje n’umugwi wa NIGER ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 5/9/2015 mu rukino rwabereye ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore,abakinyi b’umugwi Nserukira gihugu w’uburundi INTAMBA MU RUGAMBA barashimiwe nuwusanzwe arongoye umupira w’amaguru mu Burundi Umukenguzamateka Réverien Ndikuriyo.
Nyuma y’urukino Umukenguzamateka Révérien Ndikuriyo akaba yaciye atumako abakinyi kugira abashimire ku teka bari bahejeje gutera igihugu mu gutsinda NIGER ibitsindo 2-0,umukinyi umwe wese akaba yaciye ahabwa amafaranga angana ku bihumbi amajana atanu y’amarundi. Twobamenyeshako muri ivyo birori vyo gushimira abakinyi ku ntsinzi bari bahejeje kuronka ko vyari vyatewe iteka n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo hamwe n’Umukuru w’igisagara ca Bujumbura.
Ihiganwa rishasha ry’umupira w’amaguru 2015-2016 rigiye gutangura mu ndwi iza.
Ihiganwa rishasha ry’umupira w’amaguru 2015-2016 rigiye gutangura mu ndwi iza nkuko uwujejwe gutunganya amahiganwa mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru yashoboye kubimenyesha abanditsi n’abamenyeshamakuru mu kiganiro yabahaye.
Muri ico kiganiro nyene bakaba barashikirije ikiranga minsi c’ingene ihiganwa rizotangura ku munsi wayo wa mbere.
ku munsi wa mbere w’ihiganwa inkino zizogenda uku gukurikira:
Flambeau de l’est- Vitalo’o fc/STADE RUYIGI 15H
Messager bujumbura-buja city/stade prince louis 14h
Olympique star-olympiaque muremera/stade muyinga 15h
Messager Ngozi-Aigle Noir/stade rukundo 15h
Nyanza united-LLB4 AFRICA/Nyanza lac 15h
Les Elephants-Royal/stade bubanza 15h
Les crocos-Atletico Olympique/stade rumonge 15h
Munzinga-Inter Star/stade Prince Louis 16h.
Iryo higanwa rishasha rikazotangura ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 12/9/2015.
INTAMBA MU RUGAMBA yaraye itsinze NIGER 2-0
Umugwi nserukira gihugu w’uburundi INTAMBA MU RUGAMBA urongowe na kizigenza wayo Ndikumana Yamin Selemani waraye utsinze umugwi wa NIGER ibitsindo 2-0 mu rukino rwaraye rubereye ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore.
Abakinyi batanguye mu kibuga kuruhande rw’INTAMBA MU RUGAMBA ni
Arakaza MAC Arthur
Issa Vidic
Frederic Nsabiyumva
Nizigimana Karim Mackenze
Kiza Fataki
PierrOT kWIZERA
nAHIMANA Shasil
Papi Fati
Cedric Amissi
Yamin Selemani
Abdoulazak Fiston
Twobamenyeshako ibitsindo vy’umugwi nserukira gihugu w’uburundi INTAMBA MU RUGAMBA vyatsinzwe na Abdoulazak Fiston mu gice ca mbere c’urukino mu gihe igitsindo ca 2 catsinzwe na Abbassi Nshimirimana mu gice ca 2 k’umupira mwiza yahawe na Ndikumana Yamin Selemani.
Intamba mu rugamba izotana mu mitwe na Niger kuruyu wa Gatandatu.
Umugwi nserukira gihugu w’uburundi Intamba mu rugamba ufise urukino rukomeye cane kuruyu wa Gatandatu,urukino ruzobahuza n’umugwi nserukira gihugu wa Niger,urukino ruzobera ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore kuruyu wa Gatandatu igenekerezo rya 5/9/2015.
Urwo rukino ruzoba ku munsi wa Gatandatu ruzoba ari urukino rugira 2 umugwi nserukira gihugu w’uburundi uzoba ukinye mw’itsinda ryabo kuko urukino rwa 1 Intamba mu rugamba yakinye n’umuggwi nserukira gihugu wa SENEGAL,urukino rwabereye mu gihugu ca SENEGAL,urukino rwarangiye umugwi wa SENEGAL utsinze umugwi w’intaba mu rugamba ibitsindo 3-1.
Twobamenyesha ko Intamba mu rugamba zizotana mu mitwe kuruyu wa Gatandatu ku kibuga  citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore zidafise kizigenza wabo Saido Ntibanzonkiza kuko asanzwe afitaniye ingorane n’umumenyereza w’umugwi nserukira gihugu w’uburundi ariwe AIT ABDELMARK.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibihuha ni vyinshi ku bagwaye ingwara ya coronavirus m’Uburundi
Kumbuga ngurukana bumenyi hariko haraca amakuru avuga ko m’Uburundi abagwayi bane boba bitavye Imana mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Bikavugwa kandi ko n’umukuru w’Inama nshingamateka nawene ari ku musego biturutse kur’iyo ngwara ya coronavirus yugarije isi yose.  Ayandi makuru nayo akavuga ko umupfasoni w’umukuru w’igihugu nawene yajanywe mu gihugu ca Kenya kwivuza iyo ngwara ibuza umuntu guhema harimwo n’ubushuhe. Abantu nabo bakaguma barungika ubutumwa ku mbuga ngurukana bumenyi bavuga imiti itandukanye yoshobora kuvura no gukinga iyo ngwara ya coronavirus. Ayo makuru rero akaba atarabeshuzwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu benshi bagiriza kutitaba kukamo baba batewe n’abagwayi bibonyeko ibimenyesto vya coronavirus. Inumero za telephone zatanzwe nyinshi zikaba zititaba. Ubwo bushikirangani bw’amagara y’abantu bukaba butaratanga inkuru zikwiye kurabo bagwayi bavugwa hamwe no kuriyo miti abantu bifashisha kugira bivure ingwara ya coronavirus.
Denise Nkurunziza yoba yajanwe muri Kenya kuvurwa Coronavirus
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba akandi yiteguriye gusohoka ku butegetsi, ariwe Denise Bucumi Nkurunziza, yajanwe mu gihugu ca Kenya inyuma yo kwandura umugera wa Coronavirus. Ibinyamakuru vya Kenya biremeza iyo nkuru ko Denise Nkurunziza yuriye indege ejo ku musi wa kane mwibanga ntangere ajanwe ku bitaro vyigenga biri muri kenya avurwe COVID-19. Ikinyamakuru kimwe kinavuga mbere ko nabakaozi bakorera ku kibuga c’indege ca Bujumbura batemerewe kwegera ku nyandiko za Bucumi Denise zo kuja muri Kenya.  Bikavurwa kandi ko yagiye ajanye n’aba garde-corps biwe batatu umwe muribo akaba yaranduye nawe uyo mugera wa Covid-19. Naho ayo makuru yagizwe ibanga ntangere, biraboneka ko ibinyamakuru vyo muri Kenya vyovyo vyaciye bibona icajanye Denise Bucumi mu gihugu ca Kenya ko ari ukwivuze Coronavirus. Umushiikiranganji Thadee Ndikumana naho yahakanye ko yagiye muri Kenya kwivuza Coronavirus ku wa 21 Rusama 2020, ibinyamakuru vya Kenya vyemeza ko yagiyeyo kwivuza Covid-19. Sources: 1. https://metropoltv.co.ke/2020/05/29/burundis-ex-first-lady-airlifted-to-kenya-after-contracting-covid-19/ 2. https://sonkonews.com/burundi-first-lady-airlifted-kenya-covid-19/ 3.https://citizentv.co.ke/news/burundi-first-lady-evacuated-to-kenya-after-contracting-covid-19-334094/
Abasenyeri bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020
Umugwi w’abasenyeri bo mu Burundi, CECAB, bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020.  CECAB ikabona ko naho amatora muri rusangi yabaye mu mutekano, hatabuze ibigenda nabi. CECAB iravuga ko hatabaye ugufata kumwe abakandida bahiganirwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu. “Turababajwe cane n’utunenge twinshi twabaye mu matora ku bijanye n’ubwigenge, umuco mu matora hamwe nukunganisha abahiganwe bose mu kubafata kumwe bitabaye”, niko Joachin Ntahondereye arongoye CECAB yamenyesheje. Ibindi abo basenyeri bavuga bitagenze neza mu matora ni uguhata abahagarariye amatora gusinya ku nzandiko za nyuma zivyavuye mu matora(proces verbaux, ugutora mu kibanza c’abapfuye hamwe n’impunzi hamwe no kuja gutorera abandi incuro nyinshi.  Ibindi umugwi w’abaseneyri uvuga ko bitagenze neza ni kuba hari abatora batoye incuro irenga imwe hamwe no kwirukana abari bahagarariye amatora bo mu mugambwe CNL nabandi hamwe no kubatera ubwoba bikozwe n’abategetsi batwara. Idini rya katolika mu Burundi rikaba ryari risanzwe rifitaniye umubano mubi na leta ya CNDD-FDD kuva mu matora yose yarenganye. Ubwo leta y’Uburundi iza kwishura gute kuri ibi birego vyashizwe ahabona na katolika?
#COVID-19: Umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye Coronavirus
Mu makuru ariko aca ku mbuga nguruakana bumenyi ataremezwa na leta y’Uburundi avuga ko umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye umugera wa Coronavirus. Mu makuru ashirwa ahabona n’ikinyamakuru SOS Media Burundi avuga ko umushikiramganji w’amagara y’Abantu, Thaddee Ndikumana, yoba yajanwe mu gihugu ca Kenya kugira avurwe mu buryo bwihuta kubera Coronavirus yoba yaranduye.  Aya makuru arahuye nayandi avugwa ko mu Burundi ubu hari abarwayi benshi ba Coronavirus naho leta y’Uburundi idashaka kubashira ahabona. Mu misi yahera harabaye iyirukanwa ry’abakozi bakorera Ishirahamwe ryitaho amagara y’Abantu mu Burundi,OMS, hakanavugwa ko hoba harabaye ukutabona kumwe kwa leta y’Uburundi ibijanye no kurwanya ikiza ca COVID-19 mu gihugu c’Uburundi. https://twitter.com/SOSMediasBDI/status/1265192155330547712?s=20 Abarundi baba mu gisagara ca Bujumbura na cane cane bobo barafise ubwoba cane kubera ico kiza bivugwa ko coba gikwiragiye mu bantu ariko kubera ibikoresho vyo gupima bidashika kuri bose ntibabimenye. Mu Burundi gushika ubu hamaze kwandura abantu COVID-19 bashika ku 42 mu barenga amajana atanu bamaze gupimwa mu gisagara ca Bujumbura gusa. Ariko rero , nta numwe mu Barundi baba mu gihugu hagati arigera apimwa umugera wa Coronavirus na cane abarundi baba ku mupaka uhana imbibe n’ibindi bihugu vyanduye cane nka Tanzania hamwe n’Uburundi.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibintu bidasanzwe wokorera umukunzi wawe bikamwereka ko umukunda vyukuri (Igice ca gatatu)
Nkuko twatangiye iyi nyigisho yacu ifite umutwe ugira uti :” Ibintu wakora kugirango ugaragarize uwo mwashakanye ko umukunda by’ukuri “ Mbere tuakaba twarabagejejeho ibice bibiri by’iyi nyigisho ,ubu tukaba tugiye gukomeza tugaruka ku gice cya gatatu cyayo . Muri iki gice cya gatatu turakomeza tureba ibindi bintu bituma abashakanye banezezanya kugira ngo urukundo rwabo rusangambe. Ni ngombwa ko bagira igihe cyihariye bari hamwe kuko buri wese akeneye ko abona undi amwitayeho amutega amatwi, kaba nabyise icyo umuntu yita “Guha uwo mwashakanye umwanya mwiza wihariye”. Guha uwo mwashakanye Umwanya mwiza wihariye bishaka kuvuga ko ugomba kugena igihe ukitarura ibintu byose n’ukuvuga utarangarijye mu kureba amafirime,umupira ,imiziki kuri Television,gufata umwanya wawe munini uri murugo wibereye kuri Machine (Raptop),kuri Telephone no mu bindi bishobora kurangaza umuntu. Ukwiriye gusobanukirwa ko igihe uri kuganira na mugenzi wawe warangajwe n’ibi twavuze haruguru mu ganira usa n’udahari kuko ubwenge n’ibitekerezo byawe biba byamaze gutwarwa n’ibyo uri kubona maze ibi bigatuma utabasha gusabana mu kiganiro n’uwo mwashakanye ari nayo mpamvu usabwa ko igihe ushaka gufata umwanya w’umwihariko wo kuganira nuwo mwashakanye ukwiye kwitarura ibi byose ,ukaba wamusohokana ahantu hatuje cyangwa mu kaganira ibi byose bizimije kugirango mubone uko murebana akajisho kur’urukundo uha mugenzi wawe. Bishaka kuvuga ko muzafata igihe cyo gutembera mugenda n’amaguru kandi muri babiri gusa cyangwa kujya kurira hanze muri Restaurant bijya kumera nk’iby’abantu bari muri Fiancaille ariko biratandukanye ku bashakanye kuko Abafiance buri umwe ashobora kuba afitiye undi isoni . Mu gihe mu bashakanye bo baba baganira bafite byinshi bunguranaho ibitekerezo ndetse rimwe na rimwe ubabonye aho akagira ngo intego yabo niyo gufata amafunguro ariko kuribo intego ntaba ariyo ahubwo aba ari ukugirango bahindure uruganiriro. Burya iyo umugabo yicaranye n’ umugore akamuha iminota 45 cyangwa isaha amwitayeho ari kumwumva bigira umumaro ukomeye kuko muri iyo minota niho mubasha kuvuganira ukuri kose ndetse mu kanaganira kw’iterambere ry’urugo rwanyu bityo abashakanye bakwiye kwiha intego yo kujya bafata umwanya bakaganira bituma urugo rwabo rukomera kandi rukazira amakimbirane kuko byose biba byacocewe mu ruganiriro. Ikindi umuti umwe ntabwo ushobora kuvura uburwayi bwose niyo mpamvu habaho imiti inyuranye cyangwa se ikaba imiti ivanze bakuye mu miti itandukanye. Akaba ari yo mpamvu njya gutangira icyigisho cya mbere nabaje kukubaza ibibazo bibiri nti”1. Mbese waba uzi ibikorwa by’urukundo uwo mwashakanye yagukorera bigatuma urushaho kumukunda ? 2. Mbese waba uzi ibikorwa by’urukundo wakorera uwo mwashakanye bigatuma anezerwa, akumva ko umukunda? Ikiryoshya urukundo n’uguha uwo mwashakanye igihe cyihariye ukamwumva umuhanze amaso kandi umutima wawe ndetse n’ibitekerezo biri kuri we kandi bakaba bari ahantu hatari ibirangaza. Nk’urugero mu gihe umupapa yicaye hasi muri salon ( kuri floor) basunika agapira n’ umwana w’ imyaka 2 ibitekerezo bye ntabwo biba biri ku umupira ahubwo biba biri kuri uwo mwana ariko mu gihe uwo mu papa yaba ari gusunika ako gapira abifatanya no kuvugira kuri Telephone icyo gihe ibitekerezo bye ntabwo biba biri kuri uwo mwana. Abagabo bamwe n’abagore babo bibwira ko bakoresha Igihe cyabo hamwe kuko baba mu inzu imwe, mu mwanya umwe ,mu masaha amwe ariko ntabwo baba bari kumwe kuko birasohobka ko waba ubana n’umuntu mu nzu ariko ukamwima umwanya kandi wowe utabizi kuko buri gihe iyo ashatse ko mu ganira uba ufite ibindi wibereyemo . Iyo umugabo ari kwandikira umugore ubutumwa bugufi (message) cyangwa kuvugana kuri Telephone ntabwo aba ari kumuha igihe cy’ ubuzima kuko aba atari gukoresha ubwenge kandi n ’ibitekerezo bye ntibiba biri kuri we. Gutanga umwanya wihariye kuwo mwashakanye ntabwo bivuga kuba muri hamwe mu koresha igihe cyanyu murebana mu maso gusa ahubwo ni ugukorera ikintu hamwe kandi ku buryo buri wese ibitekerezo bye biri kuwundi ntakindi kiri ku murangaza. Mu gihe umugabo n’ umugore bari gukinana Tennis, byerekana guhana Igihe kuri buri wese ntabwo biba ari ugushyira ibitekerezo kuri uwo mukino ahubwo biba biri ku gikorwa cyo gusangira igihe cyawe na mugenzi wawe. Ibyo kandi bigakurikirwa n’ibiganiro (communication) yerekana ko buri wese ari kwita kuri mugenzi we, kuko bose baba bari kunezererwa ko buri wese ari kumwe n’undi, kandi bose basa nkaho bari gukora ibintu bimwe. Iyo uwo mwashakanye anezezwa no ku muha umwanya wihariye bizagusaba nabwo kumenya uburyo muganira kuko akenshi bisaba ku mutega amatwi kandi ukamwereka ko uri kumva amarangamutima ye. Ndagirango muri iyi nyigisho nzaguhe ibintu bigera ku icumi bizagufasha muri icyo gihe. 1: Bizagusaba kumureba mu gihe ari kukuvugisha, ibitekerezo byawe ugomba kubiganisha kuri we. 2. Ntugashake kumva ibyo uwo mwashakanye ari kukubwira uri kwikorera ibindi: Iyo uri gukora ibindi ntushobora kuvana ibitekerezo byawe kuribyo ako kanya bizagusaba ku mu bwiza ukuri, ukamubwira uti: nibyo ndabona ko ushaka kuvugana najye ndabyishimiye ariko ndashaka kukumva neza. Kubera ibyo ntabwo nabikora kano kanya ariko ubaye ushobora kumpa iminota15 nkabirangiza. Ndaza kwicara hasi nkumve. Bamwe barabyubahiriza nta kibazo. 3.Genzura uko yitwara ari ku kubwira: hari igihe aba ari gukubita mu biganza bye, ari kurira, ugomba gukurikirana movement ari kuguha biza gufasha kumenya uko amerewe (feeling). Izindi nama nakugira igihe uzaba umaze kumenya ko uwo mwashakanye akunda guhabwa umwanya wihariye bizagusaba nabwo ibi bikurikirana:  Kujyana nawe gutembera mugenda n’ amaguru hafi yaho mutuye. .-Niba mutuye mu mujyi mushobora kujya gutembera muri city Park mushobora nabwo kujya ahantu hari rose garden mu kajya muvugana kumabara yayo ,ayo akunda ni impamvu yabyo. 4. Ushobora kubwira uwo mwashakanye ku kwandikira ibintu bigera kuri bingahe bikunda ku munezaza. Maze wihe intego yo kujya byibura ukora kimwe buri kwezi ku mezi atanu akurikirana. . Ugomba gutekereza ibintu mugenzi wawe bimunezeza kurushaho niyo kuri wowe byaba bitakunezeza cyane. Umubwire ko ushaka ko buri rimwe mu kwezi ushaka kuzajya ujyana nawe. Imana Ihe urugo rwanyu umugisha. Iri jambo muritegurirwa kandi mukarigezwaho na Rev./Ev. Eustache Nibintije, Umunyeshuri wa Patriots Bible University yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Tel: +14128718098 Email: estachenib@yahoo.com
Ibintu bidasanzwe wokorera umukunzi wawe bikamwereka ko umukunda vyukuri (Igice ca kabiri)
Mu gice cya mbere cy’iyi nkuru isobanura ibintu wakora mu kugaragariza uwo mwashakanye ko umukunda nyabyo, twari twagarutse ku mbaraga z’amagambo yo gushima mu kubaka urukundo rw’abashakanye. (SOMA IGICE CYA MBERE HANO: Ibintu wakora mu kugaragariza uwo mwashakanye ko umukunda nyabyo (Igice cya mbere). Muri iki gice cya kabiri turareba izindi ngingo za ngombwa mu kubaka urukundo n’imibanire myiza hagati y’abashakanye. Uretse amagambo yo gushimira hagati y’abashakanye, ikindi cy’ingenzi ku bashakanye ni ukuvuga amagambo meza kandi ukanamenya kuyavuga mu buryo bwiza, ukagenzura uririmi rwawe mu gihe ubwira uwo mwashakanye kuko abashakanye ari ngombwa kuvugana amagambo yuzuye urukundo, ari nayo mpamvu ubanza kugenzura amagambo ugiye kubwira mugenzi wawe kandi n’uburyo ugomba gukoresha mu kuyamubwira ukabwitondera kuko akenshi iyo utabyitondeye bishobora kugabanya ikigero cy’urukundo uwo mwashakanye agukunda cyangwa se bikagusenyera. Burya hari amagambo amwe ariko asobanurwa mu buryo butandukanye bitewe n’uburyo uyavuzemo. Urugero uvuze ngo Ndagukunda undi akavuga ngo Ndakwikundira, bijya gusobanura kimwe ariko ubibwirwa abona ko kimwe kirimo akarusho. Ikindi kandi amagambo avuzwe mu ijwi ryo hejuru cyangwa se amagambo agaya ntabwo agaragaza urukundo ahubwo aba yerekana kumucira urubanza cyangwa kumwereka ko yaciye inka amabere. Uburyo uvuga ubwira umugabo wawe cyangwa umugore wawe biba ari ngenzi cyane. Bibliya itubwira ko “amagambo yoroheje yegizayo uburakari”. Mu gihe umugabo wawe cyangwa umugore wawe yarakaye cyangwa afite ibyamutesheje umutwe (stress), ntukamwongerere umuriro ahubwo mubwize ijwi ryoroheje. Kandi niba hari icyo wakoze kibi kuri we, biragusaba kumusaba imbabazi kandi ukabyihana ubwawe ukanatera intambwe yo kumwegera ukamusaba imbabazi utitaye ku cyubahiro cyawe kuko ikiba kigamijwe ni ukurangiza icyo kibazo ntabwo ari ukwerekana uko wowe ubibona. Ibyo nibyo byerekana gukura mu rukundo. Urukundo ntabwo rugarura amakosa yashize kuko nta n’umwe umeze nka malayika. Muri buzima bw’abashakanye ntabwo igihe cyose dukora ibintu neza cyangwa mu buryo bwiza, ntabwo dushobora gusiba ibyashize ahubwo kimwe dushobora gukora ni ukwihana kandi tukemera ko atari byiza tugahanga amaso iby’ahazaza. Dushobora gusaba imbabazi kandi tukagerageza gukora ibitandukanye n’ibyashize mu gihe kiri imbere. Iyo umwe ahisemo ubutabera (Justice) kandi agashaka ko yisyhurwa ibyo yakorewe urukundo ruba rubaye ikidashoboka. Iyo umwe ahisemo kubabarira mugenzi we, urukundo rurakomeza kandi rukongera rukabyuka. “Kubabarira niyo nzira urukundo runyuramo”. Hari imvugo cyangwa intekerezo zigaragaza uko kutihangana no kutababarira, izo zikaba zisenya urugo mu buryo bworoshye. Muri izo twavugamo: ”Siniyumvisha ukuntu wabikoze, ndumva ntazabyibagirwa, ntushobora kumva uko wambabaje, Sinshobora gukomeza kubana nawe nibikomeza gutya; N’iyo wampfukamira gute sinzi ko nshobora kukubabarira…” Ayo magambo yose ntabwo ari amagambo y’urukundo, ikintu cy’ingenzi kandi cyiza ni ukureka ibyo byakubabaje bibi bikaba amateka. Nibyo byarabaye kandi byarakubabaje kandi biracyakubabaza ariko icy’ingenzi ni ukubisabira imbabazi kandi ugatanga izo mbabazi. Nk’uko nabivuze haruguru ntushobora gusiba ibyashize ariko ushobora kubyemera nk’amateka ntukomeze kubyubakiraho. Dukeneye guhitamo kubaho uyu munsi tubohotse kubyo twakoze ejo hashize. Kubabarira ntabwo ari uko wiyumvamo cyangwa umerewe ahubwo KUBABARIRA nicyo usabwa gukora nk’uko ijambo ry’Imana ribivuga. Ni uguhitamo kwerekana impuhwe ntabwo ari ukugumana ibyo wakorewe ubikoresha mu guhangana n’uwabigukorereye. Kubabarira ni uburyo bwo kwerekana urukundo ugira uti: (Ndagukunda , I love you, Je t’ aime, Nakupenda.) bishaka kuvuga ngo “Nkwitayeho kandi mpisemo kukubabarira, ntabwo nzongera kwemera ko bigaruka kuri twe, ndizera ko ibi bitubayeho tuzabyigiraho, ntabwo waciye inka amabere kubera biriya byatubayeho. Uri umutware wanjye cyangwa se uri umufasha wanjye kandi twese tugiye gukora urugendo rushya duhereye hano” Iri jambo muritegurirwa kandi mukarigezwaho na Rev./Ev. Eustache Nibintije, Umunyeshuri wa Patriots Bible University yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Tel: +14128718098Email: estachenib@yahoo.com
Ibintu bidasanzwe wokorera umukunzi wawe bikamwereka ko umukunda vyukuri (Igice ca mbere )
Muri Bibiliya, mu gitabo cy’Imigani mu gice cya 18 ku murongo wa 22, hasobanura neza uburyo umugabo ubonye umugore mwiza aba agize umugisha utangaje agabiwe n’Imana ishobora byose. Hagira hati “Ubonye umugore mwiza aba abonye umugisha ahawe n’Uwiteka.”  Ijambo ry’Imana rimaze kutubwira ko ubonye umugore mwiza (uwo mwashanye mwiza) uba ubonye umugisha uhawe n’Imana. Ndashaka kubanza kuvuga kuri ririya jambo rivuga ngo “Uba ubonye umugisha uhawe n’Imana”. Nkunze kubwira abakristo ko kubona umugisha atari cyo gitangaza ko ahubwo igitangaza ari “icyo uza gukoresha uwo mugisha uhawe” cyangwa uko uzafata neza uwo mugisha wahawe. Abantu benshi bumva ko iyo uhawe umugisha biba birangiye ariko si ko bimeze kuko ugomba kumenya uko ufata neza uwo mugisha bitaba ibyo wa mugisha ukaba wakuviramo guhangayika. Niyo mpamvu uba ukwiriye kwegera Imana ukanayisaba ubwenge bwo gukoresha kugira ngo uwo mugisha utaguhindukira ibindi. Uyu munsi nk’uko bamwe mwabisabye tugiye gutangirana urugendo rwo kureba uko wafata neza uwo mugisha. Ndakwizeza ko nuramuka ukurikiranye iyi nama neza bizaguhindura ubuzima bwawe ndetse n’ imico yawe mu rugo rwawe. Ndabikubwira, kubera ko aho ntangiriye kwiga iyi program ( Christian Counseling) byahinduye ubuzima bwanjye ndetse n’ imico yanjye. Reka ntagire nkubaza ibi bibazo: 1. Mbese waba uzi ibikorwa by’urukundo uwo mwashakanye yagukorera bigatuma urushaho kumukunda ? 2. Mbese waba uzi ibikorwa by’urukundo wakorera uwo mwashakanye bigatuma anezerwa, akumva ko umukunda? Abantu bashakanye (umugabo n’umugore) bashobora kuba babanye neza kandi bakundanye ariko bakaba batazi uburyo bashobora kwerekana urukundo umwe akunda mugenzi we mu buryo bwiza. Muri iki gice cya mbere cy’inyigisho yerekana ibintu by’ibanze by’uburyo bwo kugaragariza uwo mwashakanye urukundo, turibanda ku ngingo ijyanye n’imbagara z’amagambo yo gushima hagati y’abakundanye. IMBARAGA Z’AMAGAMBO YO GUSHIMA MU KUBAKA URUKUNDO RW’ABASHAKANYE Ni ngombwa gukoresha amagambo yo gushima umugore wawe cyangwa se umugabo wawe. Ushobora kuba uyakoresha ariko ukayakoresha mu buryo busanzwe ariko si ko bimeze hari ubundi buryo ukoresha bujyane n’ amarangamutima yo mu buryo bw’ urukundo. Imigani 18:20, 21 hagira hati: “Ururimi rwiza ni rwo ruhaza inda y’umuntu, Kandi amagambo meza yunguka ni yo amuhesha guhaga. Ururimi ni rwo rwica kandi ni rwo rukiza, Abarukunda bazatungwa n’icyo ruzana.” Mu nzira yo kwerekana amarangamutima ni ugukoresha amagambo yubaka atari amagambo asenya. Salomon wanditse igitabo cyuzuyemo ubwenge bwinshi yanditse avuga ko “ururimi rufite imbaraga zitanga ubuzima cyangwa urupfu”. Iyo witegereje mu bantu bashakanye cyangwa abitegura kurushinga, usanga bamwe batarize ibijyanye n’izo mbaraga zitanga ubuzima cyangwa zikica, ziboneka mu magambo yo gushima umwe ku wundi. Gushima bifite imbaraga nyinshi mu bwumvikane hagati y’umugabo n’umugore. Hari amagambo agezweho kandi afite imbaraga mu gushima. Urugero nko kumushima ko yambaye neza kandi ko yaberewe, kumwereka ko wanezerewe uburyo yagufashije kurangiza inshingano zawe, (urugero yagutwaye ku kazi kandi wari usanzwe utega bus), kugufasha uturimo two mu rugo, ndetse ushobora kumushimira ko yanarangije inshingano afite murugo, nko kurihaa inzu niba mukodesha, kwishyura umuriro se niba muwufite munzu yanyu, kumushima ko yatetse neza, ko mu nzu hatunganyije neza (urugero nko muri salon cyangwa mu gitanda), ko abana bafite isuku, n’ibindi byinshi. Usanzwe intego y’urukundo ntabwo ari ukubona ibintu ushaka, ahubwo nI uburyo ukora ikintu mu buryo bwiza ku muntu ukunda. Niyo mpamvu iyo wakiriye Amagambo meza yo gushima bikongerera imbaraga zo gukora ibindi bikorwa ku wo mwashakanye. Kwongerera mugenzi wawe intege abenshi birabagora cyane kandi ari ikintu cy’ingenzi ku bashakanye. Ntabwo ari amagambo yo kumushima gusa, ugomba no kumubwira amagambo amwongerera ibitekerezo mu mirimo akora kuko bituma agira umurava mu akazi akora ka buri munsi atari ukumuca intege cyangwa kumuhatira ibyo wowe ushaka ko akora. Ahangaha usanga abenshi bakoresha amagambo yo kunenga cyangwa amagambo yerekana ko mugenzi we ari we nyirabayazana iyo ibintu bitagenze neza. Ntangira nakubwiye ko ushobora kuba ubikora ariko ukaba ubikora mu buryo busanzwe atari mu buryo bwo kumugaragariza amarangamutima y’urukundo umufitiye. Iri jambo muritegurirwa kandi mukarigezwaho na Rev./Ev. Eustache Nibintije, Umunyeshuri wa Patriots Bible University yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Tel: +14128718098Email: estachenib@yahoo.com
Kutabona ubutinyanka bwawe igihe kirekire yoba ari ingwara ?
Kutaja mu butinyanka biratesha umutwe, cane cane iyo uziko ata mabanga mpuzabitsina wakoze kugira hoho wiyumvire ko woba wasamye. Turashobora kuvuga ko kutaja mu butinyanaka biba ikibazo iyo haheze amezi arenga 3 utarabona ubutinyanka bwawe. Kubwa Muganga yanonosoye kuvura ingwara z’abakenyezi Minani Pierre Gerard, iyo ngorane ubwayo singwara. Ni ikimenyesto c’izindi ngwara. Turetse abakenyezi bakuze baciye imvyaro, umugore akiri muto ica mbere kimubuza kuja mu butinyanka n’uko aba yasamye, bitabaye ivyo rero biba ari ikimenyetso c’izindi ngwara. Nk’ubu nk’akarorero nk’umukobwa yagwaye igituntu co mu gitereko birashika igitereko kikononekara naho inkabuzo ziba zikwiye ntaje mu butinyanka. Igitereko kirafise ubwakiriro aho rero hubwakirro birashika  iyo wagwaye igituntu canke bilaliziyoze canke iyindi ngwara isinzikaza bikonona igitereko cawe. Ikindi kiri mu bituma umukenyezi ataja mu butinyanka ni igihe iyo umugore yakoroye inda canke akavyara akava amaraso menshi bakamukoropa cane igitereko ciwe kimererwa nabi, ivyo rero biratuma umukobwa atabona ubutinyanka ukwo ukwezi guheze. Hari n’igihe umukenyezi amara nimyaka nk’ine canke itanu ataja mu butinyanka. Biranagoye no kuvura n’uko ubu bisigaye bisa n’ivyaheze batakibigirira abakenyezi bibarutse. Umugore agandaye, ababaye yabuze umuntu nawe nyene arashobora kubura ubutinyanka bwiwe. Abakenyezi bonze, abagira ikarashishi nyinshi cane birabashikira, mugabo bagabanije bigasubira bikaja ku murongo. Hariho n’izindi ngwara z’abakenyezi zifata udusaho tw’imbuto, ivyo barabivukana aho usanga abo bakenyezi muribo bafise inkabuzo zo kugwara ingwara y’igisukari abo rero baronka ubutinyanka butandukanye gose, amaraso akayabona haheze nk’amezi atandatu aje naho akamara nk’idwi zitatu. Ni ingwara ibabaza, barabivukana ntibavyandura ni mvukanwa. Muganga rero arabandanya ati hambavu y’ivyo rero, hari n’izindi ngwara zituma umukenyezi ataja mu butinyanka biva kugwara akenshi ziva ku nkabuzo zo mu mutwe, hari n’igihe rero tutaronka insiguro nyayo vy’ukuri tutaba tubona neza ico vyavuyeko. Umukenyezi yitura Muganga ryari? Ubutinyanka ni nk’umuzingi uguma uzunguruka uva ku bintu vyinshi, ku nkabuzo zo mumutwe, zo kudusaho tw’imbuto, n’ibindi. Ica mbere n’uko namba wahora ubona umuzingi wawe ukora neza ukaba waja mu butinyanka neza ukabona uransimvye uraja kwa muganga ukaraba ko atari imbanyi, ica kabiri hari abakenyezi uwo muzingi urenga mugabo biza buri mezi abiri naho nyene ni sawa mu gihe biza ku gihe. Abandi baba bafise umuziringi uhindagurika usanga biva ku kabonge canke imyitwarariko ashitse kwa muganga baraheza bakabarungika kuri barya baba barize ivy’inyifato. Ni ibisazwe hari igihe vyiheza wa muzingi ugasubira ukaja ku murongo, uko bigenda kwose ni ngombwa ko umukenyezi aja kwa muganga. Umuntu afise iyo ngorane arasama? Umuntu ataja mu butinyanka nta wa munsi twovuga urubuto rw’umugabo ruhura n’urwumugore uheza ngo uboneke mu yandi majambo ntavyo twita “Ovulation” biba. Keshi umuzingi umara hafi ukwezi n’iminsi 28 hanyuma ubutinyanka bukamara hagati y’iminsi 3 n’iminsi 6 iyugiye munsi canke ukarenza ni ingorane haraheza rero hakaba ico twita “ovulation” hagati y’uyo muzingi barya baja mu butinyanka rimwe mu mwaka biragoye ko bagira ico bita “ovulation”. Si ukuvuga ko batazovyara mugabo biragora no guharura aho yosamira. “Abakanyezi rero basazwe babona amaraso bisanzwe, umuzingi wabo uzunguruka neza, hanyuma akabona bukwi na bukwi birahagaze uwo araza kwa muganga tugaheza tukaraba ico vyavuyeko muga rero hari n’abandi rero baba baravutse bameze gutyo  ugasanga uhereye mu buto bwabo babona amaraso gake abo rero nabo baragoye kuvura, barashobora gusama muga batevye canke naho bakabafasha mu kubaha inkabuzo zituma haba ovulation agaheza agasama.”, uko niko Muganga MINANI Pierre Gerard yanonosoye kuvura ingwara z’abakenyezi abishikiriza. Barabivura bigakira? Nk’uko twabibonye biravana nico biba vyavuyeko. Kubwa Muganga Minani, aho bidashoboka ko bavura ni igihe umukenyezi aba yavutse adafise igitereko kuko nayo nyene ni iyindi ngorane ituma umukobwa atabona ubutinyanka. Aho rero bimeze gutyo  ngo ntawukosora Imana. Muganga aranginza atera akamo abakenyezi ko mu kwirinda iyo ngorane ko ari kugira ubuzima bwiza umuntu agafungura neza akagira ikarashishi, ukinonora imitsi mugabo ntiwibabaze. Ikindi nuko iyo ngorane abakenyezi batoyifata minenerwe, umukenyezi ataja mu butinyanka ni ukuvuga ko ata “Ovulation” ib. Umukeyezi abonye bimushikiye bitahora bimushikira yonyarukira kwa muganga bakamurabira icabitumye gutyo ingorane igahera.
Ngizi hano Position 4 zidasanzwe zogufasha gushimisha umukunzi wawe (+18 )
Mu gihe mu makuru yacu aheruka twababwiye uko wokora igikorwa mu kinyamazuri bita cunniling canke cunni, aho ari ukwonka canke ugufyeta igihimba c’irondoka c’umugore mu ntumbero yo kumuryohera. Uno musi tugaruka kuri zimwe muri Position zobafasha kurangura neza ico gikorwa.  Izo position zimwe ni nk’izo : – Umugore ashobora kuba agaramye, amaguru apfunyije canke yaguye. Umugabo canke uwo bagira barangurane iryo banga nawe aba afukamye, umutwe uri mu maguru. Iyo ni Position abantu Bose basanzwe bakoresha. –  Position 69 : Iyo umugabo n’umugore baba bari muzungu wa ine, umwe wese aba afise umutwe wiwe uri mu maguru ya mugenziwe. Muri ico gihe uburyohe buraheza bugasangirwa kuko ic’umwe aba ariko akorera uwundi n’uwundi Nico aba ariko aramukorera. – Umugore ashobora kandi kuba yicaye hejuru y’isura y’umugabo, aho naho rero hakaba hashobora kuba ukwinjira kw’ururimi mu gihimba c’irondoka, mu kinyamazuru bita Pénétration  Linguale. –  Umugore ashobora kuba kandi kuba ahagaze, umugabo nawe afukamye. Iyi ariko ntiyoroshe, eka n’ugushikira igihimba bits rugongo canke Clitoris ntibiheza ngo vyorohere umugabo. Isuku Isuku rikwiye ni ngombwa mu gihe muriko mushaka kurangura iryo banga, nimba mwumva mutizeye isuku mufise ni vyiza kugenda mukiyuhagira. Haraho ariko rero umugabo abandanya yumva ko akamoto Atari Keza naho umugore aba yoze, ni vyiza ko umugore yoca aba umugabo ko yokoresha yabigenewe -Lubrifiant – . Mu gihe c’ubutinyanka, c’uburumbuke birakunda ko Cunni gikorwa, kiretse mu gihe uba ufise umugera wa SIDA. Ariko hari abagabo bamwe bashobora kwumva ko bashishwe kubera ukubona amaraso, kandi n’ukubatahura. Aho rero umwe wese aca akora Ico ashoboye. Ingwara Naho SIDA yandurwa game biciye muri ico gikorwa c’ugufyeta igihimba c’irondoka c’umugore, izindi ngwara zozo ntizokugera umutwe. Muri Ico gihe agakingirizo ntaco kogufasha, inzira imwe yo nyene ihari n’ukwihangana mu gihe wanduye.
Ngizi hano Position zigufasha kugira uheze neza mu gihe cogukora sex...
Abenshi mu bagore co kimwe n’abagabo baribaza Position yoba nziza gusumba kugira abagore babashe kurangiza neza mu gihe bariko brakora imibonano mpuzabitsina, ariko akenshi ntibaronka iyo nyinshi kubera usanga abantu bamwe bafise uko basangiye uburyo baranguramwo iryo abanga bandi nabo bakaba basangiye ibindi.  Mu bushashatsi bwakozwe dukesha urubuga Santeplusmag rw’abafaransa, bwerekana ko hariho Position zitatu zemezwa n’abagore bakozweko akatohoza, zibasha gufasha benshi kugira ababashe guheza neza kandi bitabagoye. Position yitwa Andromaque yatowe ku bice 35%, La levrette ku bice 25% hamwe na Missionaire ku bice 23%. Hakaba kandi haranabonetse izindi nka la Cuillere na Cavaliere vyatowe ku bice 5% hamwe na Sodomie yatowe ku bice 4%. Uno musi nashimye kuvuga imwe, ariko mubandanye mukurikirana uru rubuga, tukazobabwira vyinshi kuri izo Position zose uko ari zitandatu. Imwe muri izo twashimye kubabwirako ni Andromaque. Ikorwa Gute? Andromaque ni Position ikorwa ifasha cane umugore kuba ariwe agenzura ibiriko birakorwa muri ico gikorwa baba barimwo muri ako kanya. Umugore aba yicaye canke afukamye hejuru y’umugabo nawe ari musi aryamye agaramye. Iyo Position iha umugore umubasha bwo kuba ariwe amenya nimba igitsina kiri bwinjire gose, canke kigera hagati ca hagati. Aho bikavana n’ubwimbike bw’igitsina c’umugore kingana ugereranije n’uburebure bw’ic’umugabo. Muri ico gihe, umugabo nawe ntaguma ari bigur’intege, ariko amaboko yiwe gusa niyo ababa ashoboye gukora kuko umugore aba amwifadikije, haba ku bibero (cuisse) canke ku gituza(poitrine). Arashobora gukorakora(caresse) umugore wiwe kugira ico gikorwa arimwo yumve ko nawe atari wenyene. Ingaruka z’iyo Position Ku mugore iyo Position, imufasha kugira ivyo yahora abwira umugabo ngo amugirire abasha kuvyikorera we nyene, kuko mu gihe yumva ariko arababa canke igitsina c’umugabo kitashitse. Arashobora kwungereza canke akagabanya bivanye n’uko we avyumva. Ku mugabo naho, iyo Position irafashe kugira uwusanzwe afise ikibazo c’ukunyarutsa guheza bigabanuke kuko uburyo butaba ari ikirenga ngo ace arangiza ico gikorwa hakiri kare.
Ngibi hano ibihimba abagabo batari bake bakunda ku bagore gusumba ibindi
Akenshi abasore canke abagabo bicaye canke bariko baragenda mbere naho wosanga ari wenyene, abonye umugore canke umukobwa renganye, akenshi arahindukira inyuma kumuraba. Abenshi mu bagore baribaza nimba umugabo aba ahindukiye kuraba iki? ubona ko hari n’ababigira barikumwe n’abagore babo canke abakunzi babo.  Twifashijije Ikinyamakuru kimwe gikorera kuri internet, bo bavuga ko bagabo mbere n’abasore bemeza yuko umugore afise vyinshi ashimwako n’umugabo ariko ico kinyamakuru kikavuga ko cumi arivyo biza kw’isonga.  Igisusu ngo n’igihimba abagabo bakunda cane ku mugore mu gihe afise igiteye igomwe. Ico gihe ngo umugabo araheza akipfuza uwo mugore cane.  Amaso  ngo naco n’igihimba abagabo kibakwega cane kuko uwuravye umugabo iryoroshe ngo biratuma amwipfuza cane. Umushatsi, abakobwa ngo babaizi neza  bemeza ko bose bari bakwiye kuzohora bitwararika cane umushatsi gusumba kuko nkuko ico kinyamakuru kibishikiriza ngo umuhungu canke umugabo abanza nawe kuraba mu mutwe imbere y’ukukuraba mu maso.(Umuravye iryoroshe mu mutwe hasa nabi ngo urashobora kutaronka ikibanza) Iminwa  Ico kinyamakuru kivuga ko abagabo canke abasore iyo baganira n’abakobwa ngo baheza bakaguma birabira iminwa gusa. Ico kinyamakuru kibandanya gishikiriza ko iminwa y’abagore(isa neza) ibatera umunezero. Ugutwenga canke ukumwenyura ngo navyo ni ibikorwa bitirengagizwa na gato n’abagabo kuko bibarohera cane iyo umukunzi wabo abamwenyuriye.  Igituza Hatabayemwo ukwirarira ngo abagabo barakunda cane ibituza vy’abagore kuko babiruhukiramwo bikabatera kwibagira canke kwirengagiza ibibazo barimwo.   Igihagararo(Taille) abagabo barakunda kandi igihagararo c’abakobwa batandukanye, hari abakunda muremure, hari abakunda mugufi, abakunda abavyibushe, bagereranye eka n’abandi benshi.  Ibi ntibiba kuri bose kuko twese ntidukunda bimwe, ariko ibi ni bimwe mu bihimba abagabo bakunda. Nk’umugore warukwiye gutangura kwibaza nimba bitari bwagushikire igituma canke uko wobigenda ngo bikunde umukunzi wawe igihimba akunde agisange kimeze nkuko avyifuza kuko bimutera kubandanya akwiyumvamwo cane.
Ngibi hano Ibintu wokorera umugore iyo mugiye gukora Sex bigatuma umushimisha...
Abatari bake baribaza vyukuri ico yokora ngo bikunde umugore wiwe aryoherwe mu gitanda amuryohere bimufashe kubandanya bayaga bashika hamwe. Hari vyinshi abantu bokorera abakunzi babo ariko uno musi twashimye kubazanira bimwe murivyo, dufata ibishika kuri 5 gusa.  1. Gufyinisha : iyo Uzi ko mwahanye gahunda yo kurangura iryo banga Ku bubakanye, ni vyiza ko igikorwa gutangura hakiri kare. Burya ico gikorwa kiritegurirwa, muyagishe neza, murungikire utujambo twiza turengeje kuri uwo musi, mwibutse ibihe bimwe bimwe vyiza mwabanyemwo, gutyo atangura kukwipfuza hatari bwanagere, gutyo bituma n’uwo mwigeme mushika kurangira iryo banga umubiri wamaze kwitegura none igikorwa kikagenda neza. 2. Kurangiza : Burya kurya abagabo barangiza, intanga zigasohoka, uburyohe ukumva umengo buraheze canke buragabanutse; n’abagore nabo nuko bigenda.  Igihe cose iyo uriko urarangura ibanga n’uwo ukunda uritwararika kumenya ko yahejeje, kuko nutavyotwararika ukiraba wenyene, uzotuma asigara mu ubuzima bubi kuko aribwa cane igihe uburyohe nawe butarangiye. Ico kikaba wanashaka kimwe mu bituma abakobwa canke abagore bagenda guca inyuma yabo bubakanye bakarondera abo bita abapfubuzi babashikanira aho abagabo babo batabashije kubashikanira. 3. Surprise : Naho abenshi batabizi burya Surprise ni Nziza cane Haba mu Rukundo canke no mu gitanda. Abagore barakunda ko babona utuntu dushasha rimwe na rimwe. Aho twovuga nk’ukumuhindurira ama Position aba amenyereye ko mukoresha, ibibanza mukoreramwo iryo banga, U kurondera ibindi bice vy’umubiri vyomufasha kuryoherwa mu gihe uriko urabikorakora canke n’ibindi vyinshi. 4. Ukunyazwa : Uwo n’umugirwa ukorwa na bamwe ariko abandi batavyerekwa, ariko abenshi mu bamaze kuwukorerwa araryoherererwa cane ico gikorwa. Abagabo rero barakwiye gufasha gupima abagore ko boyikunda. Uti Bawukora gute? Uwo mugirwa wo kunyaza, n’ukurondera amazi umukobwa asanzwe asohora iyo yaryohewe, akunda kuba ari menshi kuri bamwe, abandi make, abandi Bobo ukibaza ko yoba yaranumye. Ariko abashakashatsi  bavuga umigoret wese ayafise ahubwo ari ikibazo c’umugabo kutamenya kuyarondera. 5. Ugushimwa : Abagore rero barakunda guterwa amashurwe yaba igihe bariko barangura iryo banga canke mu buzima busanzwe. Ariko mu gihe bariko barangura iryo banga naho ni ngirakamaro kuko navyo bimufasha kwongereza uburyohe. Ni vyiza kwamenya ko ari mwiza, ariko avyotwaramwo neza, afise ibihimba bindi bitandukanye vyiza, eka aruta abandi bose wigeze kumenya. Ariko naho tubabwira uko, mumenye ko ivyo vyose vyokorwa hariho ikiyago hagati y’umugabo n’umugore kuko arico ngirakamaro cane kugira umenye vyinshi kukari Ku mutima wiwe. SRC : KYC
Menya hano ibintu 10 bidasanzwe wokora kugirango wigarurire umutima w’umukunzi wawe
Urukundo rwawe rurimwo ibibazo vyotuma rurangira, canke se ruza rwanararangiye, Umukunzi wawe yarakwanse, ntakigukunda nka kera canke ubu yabonye uwundi mukunzi, ubwo niki wokora kugira ngo wongere wigarurire umutima w’uwo mwakundanye ? murino nkuru inyishu zose uza kuzisanga hano kuburyo umuntu wese ukunda ushobora kumwigarurira.  Burya ngo  nta kindi kintu gisabwa ukore kiretse ko ari ukumugarukana mu nzira nziza hamwe no kuvuga ibintu bituma agukunda cane vyo gupfa. Ibi n’ibintu bikomeye  vyogufasha gutuma usubira mu rukundo ukongera kwigarurira umutima w’umukunzi wawe. 1. Manza wiyunvire impamvu ushaka gusubira gukundana nawe: Ese n’iki catumye dutandukana, nije vyavuyeko canke niwe? Ese yambwiye amajambo mabi? Ese yankoreye ibintu ntakunda? Ese yarambeshe anca inyuma? Subiza amaso inyuma urabe ivyo mwaciyemwo mu rukundo hanyuma wiyumvire nimba ari ngombwa gusubirana nawe kuko gutandukana kwanyu bishobora kuba vyiza kuri wewe ariko niwumva atari ngombwa umureke yigire nawe uzobona uwundi agukwiye.  2. Ntugume umwiruka inyuma : Mu minsi ya mbere iyo uhebanye n’umukunzi wawe, ntuzigere umwirukako umwama inyuma ahubwo uzomwihorere umere nk’umwirengagiza urabe ko ariwe azoza kukwironderera kuko niwamwama inyuma ntanakimwe kizotuma ahindura icemezo ciwe. Kumwirengangiza canke kwigira Bizy bizotuma we abona ko umukeneye nk’uko nawe agukeneye. 3. Ba uwo yakunze: Ibihe ntibihinduka ahubwo abantu nibo bahinduka. Hari igihe umara gukundana n’umuntu ariko uhejeje ugaterera agati mu ryinyo  ntiwongere kwifata neza nkuko wahora wifata. Yagukunze kubera ko yumva ameze neza iyo muri kumwe. Ese warahindutse? Subiza amaso inyuma urabe uko warumeze mu gikundana ugerageze kongera kumera gutyo cane cane ku mutima. Ugerageze kwishima nogutwenga muri ivyo bihe bibi urimwo, kuko niwabandanya kurira, kwiheba ntabwo azipfuza gusubirana nawe. 4. Ijambo rya mbere uzomubwira wongeye kumubona ribe iry’agaciro: Guhera ubu niwongera kumubona canke kuvugana nawe uzitonde. Arabizi neza ko yakubabaje ivyo uzovuga vyose azihagararaho kandi ntihagire na kimwe bimubwira. Uzirinde kubabara cane imbere yiwe hamwe no kumubaza uti ese wabitewe n’iki? Ndabizi umufitiye ishavu ariko ntugomba kubimwereka na gato? Gerageza kumubwira neza nk’uwakira umushitsi canke umukiriya kandi wiyoroshe. Ibi bizotuma akwibazaho vyinshi. 5. Gerageza kumwibutsa ibihe vyiza mwagiranye: Burya iyo wakundanye n’umuntu akenshi uba ufise amahirwe menshi yo kumutwara umutima kurusha uwundi batigeze bakundana, kubera yuko kenshi uba umuzi. Nimba hari impuzu wahora wambara akayikunda cane, ukore kuburyo akubona wambaye iyi mpuzu nyene, nimba hari ahantu yakunda gutemberera,nimba bishoboka uhamujane canke umurungikire ifoto yaho. Kora ibishoboka vyose kugira ngo yibuke ibihe vyiza mwagiranye. 6. Mwigane: Nimba ugize itombora ryo kuganira nawe, za urumviriza amajambo akoresha iyo ari kuvuga nawe uyasubiremwo uyatangure , nimba akwicaye iruhande gerageza kwigana uko yicaye nawe ubikore kandi aboneko umwitayeho. Ibi ntabwo ubikora mu rwego rwo kumusubira mu kanwa canke kumwigana ahubwo ubikora kugira ngo aboneko ubwumvikane hagati yanyu ari bwose kandi ko ibintu muri kuvyumva co kimwe. 7. Gira igikorwa mufatanya: Uko muhuye ntugomba burigihe kwama umubaza ibibazo mufitaniye ngo abe arivyo muvugana gusa. cishamwo mugire umwanya wo gutwenga no kunezerwa. Musabe ko mwokorana sport, ko mwotemberana, ko yoguherekeza canke wewe ukamuherekeza , gusenga canke ahandi hotuma mutavuga ibibazo bibahanze. Ariko we niyashaka kubandanya abivugako uzomwumvirize kuko azoba ashaka ko bubirangiza uko vyogenda kwose. 8. Mumenyeshe ko wama umwiyumvira : Nimba hari nk’ahantu mwahora mukunda guca muri kumwe canke aho mwatemberera mwese, ushobora kumurungikira ubutumwa ukamubwira uti : hahantu nashitseho ariko nahindukiye mbona ndi jenyene nca ndakwibuka. Ukaboneraho no kumubaza amakuru yiwe, kuburyo nawe abona ko umwitaho cane mukumwiyunvira. 9. Igire Neza : gira isuku kandi ugerageze gusa neza bishoboka, kumyambaro no kumubiri. Umushatsi, ubwanwa, ukore ibishoboka vyose kugirango use neza. 10. Ntucike intege: Menya yuko buri munsi hari abakunzi bongera bagasubirana naho boba baratandukanye. Ntucike intege kubera abagenzi bawe bakubwira ko ndakwanse itavamwo ndagukunze, canke bakakubwira ngo naho mwosubirana ntibizogenda neza nka mbere. Ndakubwiza ukuri ko nimwasubirana urukundo rwanyu ruzoba rwiza kandi rukomere cane kurenza nuko mwakundana mbere yabo.
Menya hano ibintu 5 bikomeye cane kandi bidasanzwe utegerezwa kwirinda kubwira...
Akenshi ubuzima bw’urukundo usanga burangwa n’umunezero udasanzwe ariko rimwe na rimwe harigihe usanga hajemwo utubazo dutandukanye dushobora no gutuma abakundana batandukana bitewe n’amajambo hamwe n’ibiganiro bagirana, ubwo rero mu gihe hatabayeho kubanza kwitonda muvyo uvuga ushobora kwisamburirako urukundo muvyo utazi.  Murino nkuru, tugiye kubabwira ibintu 5 umuhungu wese agomba kwirinda kubwira umukobwa barikumwe m’urukundo mu gihe yipfuza ko urukundo rwabo ruramba. 1. Irinde kugereranya umukobwa mukundana n’uwo mwigeze gukundana mbere. Irinde kubwira umukobwa mukundana amajambo nk’aya : uwo twakundana mbere yarameze uku nuku, yankorera ibi nibi …,  aya majambo aramubabaza cane kuburyo ashobora no gutuma muhebana, kuko ntamukobwa numwe aba akeneye ko umugereranya n’uwo mwwigeze gukundana, tuvuge naho yoba amuzi canke haciye igihe kinini mutandukanye niwirinde kumugereranya nawe, kuko iyo ubandanya umubwira nkaya majambo bituma abona ko utarigabira uwo mwigeze gukundana. 2.  Nimba akubajije ibijanye no kuba yiyongereye ibiro, irinde kumubwira ko yavyibushe Abakobwa benshi baranka abahungu baza kubabwira ko bavyibushe cane , naho wewe woba ubona ko avyibushe bimwe birenze urugero canke we ubwiwe akaba avyivugira, aho warukwiye kureka kuvuga na kimwe ariko ukareka nyene akabandanya avyivugira , nyene abikubajije umubwire ko ari ibisanzwe, ko akingana nkuko yangana mukimenyana, ndetse  wirinde kubimwemerera.. Kuko ngo iyo ubimwemereye aca acika intege akumva yuko ugiye kugabanya ukuntu wahora umukunda kandi umunezerererwa. 3. Irinde amajambo ashobora gutuma yibaza ko mutari ku rwego rumwe Igihe umubwira amajambo yo kwishira hejuru umwereka nkaho mutari kurugero rumwe mu bwiza, mubutunzi n’ibindi nk’ibi , uba ushatse kumwereka ko atagukwiye, ibi rero ngo bimuca intege cane aho ashobora no kwigira atakubwiye kuko aba abonako umusuzuguye, ko mutazohuza kandi we hari abandi bamukeneye azi. 4. Irinde kubwira umukobwa ko udapanga kubaka urugo vuba canke ko utazi neza yuko ariwe muzobana Mu gihe uri kumwe m’urukundo n’umukobwa akenshi aba yipfuza ko muzokubakana , rero iyo utagenda ubimubwira canke utavuga amajambo yerekeye kubana nawe, ibi birababaza abakobwa cane kuko aba yumva ko ushaka kumufata nk’igikinisho hanyuma haciye igihe ukamureka, mubisanzwe abakobwa ntamwanya bakunze guta murukundo ubwo iyo utamubwira ibintu vyerekana neza ko uzomutwara bituma yironderera uyundi, ubwo naho woba ubona ko utaravyizera neza ko uzomutwara canke ko uzokubaka urugo nawe, irinde kubimubwira no kubimwereka imbere yiwe. 5. Irinde kumubwira ubwoko n’urugero rw’abakobwa ukunda mu gihe uziko we atabikwije  Nimba uriko uravugana n’umukobwa ukamubwira ko ukunda abakobwa b’inzobe, barebare, bagenda gutya, bameze uku hamwe n’ibindi vyinshi kandi we atariko ari, ibi ngo biri mu biza kw’isonga bibabaza cane abakobwa kuburyo kugumana nawe m’urukundo aba yumva ko ataco bivuze kuriwe, ubwo wirinde kuvuga ibintu ukunda kubakobwa kandi ubona we atavyo afise, gerageza urabe ivyo umubonako ukunda abe arivyo umubwira. Mu gihe rero muri mu rukundo ni vyiza ko amajambo avugwa ndetse n’ibiganiro mukorana ko muba mukwiye kuvyitondera cane kuko amajambo canke ibiganiro bibabazanya bishobora gutuma urukundo mukundana rusambuka.
Ngibi hano ibintu 2 wokorera umukobwa mukimenyana bigaca bituma nyene ubwiwe...
Akenshi iyo umuntu akubonye ubwambere bimuha iciyunviro cuwo uriwe kandi ico ciyunviro gishobora kumugumamwo ibihe vyose kuburyo naho wogerageza kukimukuramwo vyobanza kugorana, niyo mpanvu rero iyo uhuye numukobwa ubwambere hari ibintu bisabwa ukore kugirango ntakwiyunvire uko utari ahubwo akubone ko ariwewe Imana yamuremeye ndetse aho ashobora no kukwingingira ko mwokundana.  Kugirango umukobwa bishike ko ashobora kukwingingira ko mwokundana ngibi hano ivyo wokora ubwambere mukibonana. 1. Kumuvugisha umuraba mumaso kandi atabwoba ufise : Ningombwa ko umunsi wa mbere ukibonana n’umukobwa ko utegerezwa kuba uboneka neza kandi ufise isuku, mubiganiro vyambere muvugana bisabwa ko umuvugisha umuraba mumaso, kumuvugisha unezerewe ndetse ugasohora nijwi atakwivugisha nkabana, kuvuga ibintu vyunvikana kandi bifise akamaro, kumubaza utubazo dukeduke kugirango umumenye, ariko arakwishura ningombwa ko umutega amatwi ukamwunviriza , ugerageze umwereke umutima mwiza n’uwubwitonzi. 2. Kumwitaho mu minsi ya mbere : Mu minsi ya mbere mukimenyana bisabwa umwiteho , ukamenya uko yavyutse ndetse nuko yiriwe, gerageza umenye ivyo akunda kugirango umuhamagaye abe arivyo akenshi muvugako ndetse umutahuze ko nawe arivyo ukunda, bisawa umwubahe ndetse umwereke ko utandukanye n’abandi bahungu kuko  ivyo bikaba bizotumwa akwiyunvira ndetse akwiyunvamwo cane.
Ngibi hano Ibintu 4 vyokwereka ko umukunzi wawe agukunda vy’ukuri ”...
Abahungu bubu basigaye babesha cane ! Nkakarorero akakubwira yuko agukunda kandi atagukunda bimwe bivuye kumutima ndetse atanimigambi nimwe agufiseko ahubwo ugasanga we haribindi bintu agukeneyeko ariko atipfuza kubana nawe ngo mwubake urugo.Kimwe gusa ico nzi nuko hari igihe umuhungu akubwira ko agukunda cane kandi atagukunda bimwe vyanavyo ahubwo ashaka kugerageza kwibagira umubabaro  hamwe nagahinda yatewe n’umukunzi vyigeze gukundana.  Uyu munsi hano kuri UBM News twashimye kubabwira bimwe mubintu 4 bishobora kukwereka ko umuhungu agukunda bimwe vyukuri. 1. Umuhungu ugukunda vy’ukuri akwamiza mumutima wiwe , ntamipango  nimwe yokora yerekeye ubuzima bwiwe ngo yibagire kuyikubwira , arakubwira ivyerekeye ivyakazoza kiwe, akakubwiza ukuri atanakimwe aguhishije kandi akirinda kukubwira ikintu na kimwe co kubabaza, aho rero bitandukanye n’umuhungu atagukunda vyukuri kuko we iyumubajije ivyerekeye ubuzima bwiwe arashavura ndetse ntihagire ninyishu itomoye aguha. 2. Igihe cose aba yumva ashaka kuguma iruhande yawe , kuburyo iyo harenze igihe atakubona agerageza uko ashoboye kwose mukabonana, hamwe bishitse ntibishoboke agerageza kuguhamagara kugira ngo amenye amakuru yawe kandi yumve ijwi ryawe, ivyo vyose vyanse yirirwa atamerewe neza kubera ko aba yaramaze kukwishiramwo. 3. Arakwerekana mubagenzi biwe , mumuryango wiwe ndetse bibaye ngombwa akakwereka abavyeyi biwe, akenshi abahungu bubu ntibakunda kwerekana abakunzi babo mumuryango bavamwo, ariko iyo akwerekanye uba uri uwagaciro kuri we ndetse aba agukunda vyukuri. 4. Kukwubaha, hamwe no kugukorera ibikunezera igihe cose nivyo umuhungu agukunda vyukuri aba akeneye kugukorera buri munsi, ntiyigera yipfuza kukubona ushavuye ahubwo aba yipfuza kukubona unezerwe buri kanya.
Ngibi hano ibintu ukwiye kubwira umukunzi wawe bigaca bituma aguma agukunda...
Aya niyo majambo cumi n’ atanu asanzwe ariko atoroshe wobwira umukunzi wawe akamuryohera kumbure akaguma akwiyumvira buri kanya. Ayo majambo akaba akunda gukora cane cane ku bigeme kuko aribo bavurwa kugira imitima yoroshe hamwe n’ urukundo rwinshi kurusha abahungu.  1. “I love you” “Ndagukunda” iri jambo kubwawe wogira ngo riroroshe ariko naho woribwira umukobwa incuro ijana, ntiryigera rimurambira. 2. “You are beautiful” “Uri mwiza” Ego umwigeme yoba abizi y’ uko ari mwiza, ariko bituma agira ivyishimo iyo yumvise ubimubwiye. 3. “What  you doing right now ?” “Uriko urakoriki ? ” Kubahungu batazi kuganiriza abakobwa iri jambo rikunda kubafasha iyo babuze amajambo yo kubwira umukobwa. Iyo rero umubajije uko bituma uronka n’ ibindi umubaza bivanye n’ inyishu aguhaye.  4. “Mum says hi” “Mama ngo Yambu” Buri mukobwa kw’ isi araryoherwa iyo yumvise umuvyeyi w’ umuhungu ko amwitaho kandi akamukunda. Aho rero ayo majambo wonayakoresha mu kumubesha kuko ni wewe uba uzi ukuri. 5. “Happy Anniversary” “Isabukuru nziza” Iri jambo ugerageza kurikoresha iyo umukunzi wawe yagize isabukuru, kandi rikora neza iyo ubaye uwambere kumwipfuriza isabukuru nziza. Kuko bituma abona y’ uko umwitayeho cane. 6. “I am sorry” “Mbabarira” iri jambo ryoryo rirasanzwe ariko rirakomeye cane kandi rikagora benshi kuvuga. Naho wokorera amakosa ijana umukunzi wawe ariko buri gihe ukamubwira, mukunzi ndazi ko nakosheje ariko mbabarira. Nta nkeka azokwama yakubabariye. 7. “You look sexy, I love how you’re dressed today” ” Uraberewe” Ukuri kwamye abakobwa bose kw’ isi bakoresha intege nyinshi kugira bagerageze gusa neza kandi baberwe. aha rero iyo umukobwa umubwiye ko aberewe bituma agira ivyishimo vyinshi kandi akabona ko yabitoye naho yoba ataberewe na gato. 8. “Thank you” “Urakoze” kenshi iyo abakunzi bacu badukoreye ibintu vyiza turakunda kw’ ibagira gushima kubera yuko vyiza uba uvyiteze k’ umukunzi wawe. Ariko iyo ushimye bituma umukunzi wawe agira ivyishimo. Kenshi tuba dukwiye gushimira abakunzi bacu iyo duhejeje kurangura amabanga y’ abubatse.  9. “I miss you” “Ndagukumbuye” Iryo n’ ijambo rimwe gusa ariko rifise inkomezi zidasanzwe k’ umutima wiwe. Naho mwoba mutanye mu kanya gato, gerageza umwandikire ubutumwa umubwira y’ uko umukumbuye, bituma yiyumvira yuko utigera urambirwa iyo muri kumwe. 10. “I love your smile” “Ndakunda ukuntu utwenga/umwenyura” Iyo abonye nk’ ubutumwa bwawe wamwandikiye uko, nta nkeka ategerezwa guca atwenga naho mutoba muri kumwe. 11. “I am thinking about you” ” Ndiko ndakwiyumvira” Iri jambo rituma nawe nyene atangura kukwiyumvira, naho woba uri muvyiwawe wamubeshe. 12. “Good morning” “Mwaramutse” Nta kinyu kiryoshe nko kuvyuka ugasanga ubutumwa mw’ itelefona yawe ngendanwa umukunzi wawe yakwandikiye iryo jambo. 13. “Goodnight” “Ijoro ryiza” Ivyo bituma umukunzi wawe aheza umusi wiwe neza mu vyishimo ntagere. 14.. “Things will be OK” “Ibintu bizogenda neza” Kenshi biratera intege kwumva umuntu uzi yuko agukunda akubwira ayo majambo. Iyo wabwiye umukunzi wawe ayo majambo bituma atiranda kandi akabona yuko umwitayeho. Ivyo wobikoresha nkigihe umukunzi wawe yimirije ibibazo kw’ ishure, canke iyo yabuze umuntu, canke afise ingorane zitandukanye. 15. You are the only one ” Uri umwe rudende” Abahinga mu kubesha canke mu guca inyuma abakunzi babo barazi imbaraga ayo majambo afise. Iyo umukunzi wawe umubwiye ayo majambo, bituma yiyumva yuko ariwe mukobwa wenyene canke umuhungu wenyene yaremwe kur’ inosi y’ Imana. Ariko mu gukoresha ayo majambo mw’ ibuke gukoresha utuzina turyoshe nka Cherie, chouchou, Mon ange, Bajou, wanje, sweety, dear, My love, My everything, n’ utundi twinshi.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibihuha ni vyinshi ku bagwaye ingwara ya coronavirus m’Uburundi
Kumbuga ngurukana bumenyi hariko haraca amakuru avuga ko m’Uburundi abagwayi bane boba bitavye Imana mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Bikavugwa kandi ko n’umukuru w’Inama nshingamateka nawene ari ku musego biturutse kur’iyo ngwara ya coronavirus yugarije isi yose.  Ayandi makuru nayo akavuga ko umupfasoni w’umukuru w’igihugu nawene yajanywe mu gihugu ca Kenya kwivuza iyo ngwara ibuza umuntu guhema harimwo n’ubushuhe. Abantu nabo bakaguma barungika ubutumwa ku mbuga ngurukana bumenyi bavuga imiti itandukanye yoshobora kuvura no gukinga iyo ngwara ya coronavirus. Ayo makuru rero akaba atarabeshuzwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu benshi bagiriza kutitaba kukamo baba batewe n’abagwayi bibonyeko ibimenyesto vya coronavirus. Inumero za telephone zatanzwe nyinshi zikaba zititaba. Ubwo bushikirangani bw’amagara y’abantu bukaba butaratanga inkuru zikwiye kurabo bagwayi bavugwa hamwe no kuriyo miti abantu bifashisha kugira bivure ingwara ya coronavirus.
Denise Nkurunziza yoba yajanwe muri Kenya kuvurwa Coronavirus
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba akandi yiteguriye gusohoka ku butegetsi, ariwe Denise Bucumi Nkurunziza, yajanwe mu gihugu ca Kenya inyuma yo kwandura umugera wa Coronavirus. Ibinyamakuru vya Kenya biremeza iyo nkuru ko Denise Nkurunziza yuriye indege ejo ku musi wa kane mwibanga ntangere ajanwe ku bitaro vyigenga biri muri kenya avurwe COVID-19. Ikinyamakuru kimwe kinavuga mbere ko nabakaozi bakorera ku kibuga c’indege ca Bujumbura batemerewe kwegera ku nyandiko za Bucumi Denise zo kuja muri Kenya.  Bikavurwa kandi ko yagiye ajanye n’aba garde-corps biwe batatu umwe muribo akaba yaranduye nawe uyo mugera wa Covid-19. Naho ayo makuru yagizwe ibanga ntangere, biraboneka ko ibinyamakuru vyo muri Kenya vyovyo vyaciye bibona icajanye Denise Bucumi mu gihugu ca Kenya ko ari ukwivuze Coronavirus. Umushiikiranganji Thadee Ndikumana naho yahakanye ko yagiye muri Kenya kwivuza Coronavirus ku wa 21 Rusama 2020, ibinyamakuru vya Kenya vyemeza ko yagiyeyo kwivuza Covid-19. Sources: 1. https://metropoltv.co.ke/2020/05/29/burundis-ex-first-lady-airlifted-to-kenya-after-contracting-covid-19/ 2. https://sonkonews.com/burundi-first-lady-airlifted-kenya-covid-19/ 3.https://citizentv.co.ke/news/burundi-first-lady-evacuated-to-kenya-after-contracting-covid-19-334094/
Abasenyeri bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020
Umugwi w’abasenyeri bo mu Burundi, CECAB, bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020.  CECAB ikabona ko naho amatora muri rusangi yabaye mu mutekano, hatabuze ibigenda nabi. CECAB iravuga ko hatabaye ugufata kumwe abakandida bahiganirwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu. “Turababajwe cane n’utunenge twinshi twabaye mu matora ku bijanye n’ubwigenge, umuco mu matora hamwe nukunganisha abahiganwe bose mu kubafata kumwe bitabaye”, niko Joachin Ntahondereye arongoye CECAB yamenyesheje. Ibindi abo basenyeri bavuga bitagenze neza mu matora ni uguhata abahagarariye amatora gusinya ku nzandiko za nyuma zivyavuye mu matora(proces verbaux, ugutora mu kibanza c’abapfuye hamwe n’impunzi hamwe no kuja gutorera abandi incuro nyinshi.  Ibindi umugwi w’abaseneyri uvuga ko bitagenze neza ni kuba hari abatora batoye incuro irenga imwe hamwe no kwirukana abari bahagarariye amatora bo mu mugambwe CNL nabandi hamwe no kubatera ubwoba bikozwe n’abategetsi batwara. Idini rya katolika mu Burundi rikaba ryari risanzwe rifitaniye umubano mubi na leta ya CNDD-FDD kuva mu matora yose yarenganye. Ubwo leta y’Uburundi iza kwishura gute kuri ibi birego vyashizwe ahabona na katolika?
#COVID-19: Umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye Coronavirus
Mu makuru ariko aca ku mbuga nguruakana bumenyi ataremezwa na leta y’Uburundi avuga ko umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye umugera wa Coronavirus. Mu makuru ashirwa ahabona n’ikinyamakuru SOS Media Burundi avuga ko umushikiramganji w’amagara y’Abantu, Thaddee Ndikumana, yoba yajanwe mu gihugu ca Kenya kugira avurwe mu buryo bwihuta kubera Coronavirus yoba yaranduye.  Aya makuru arahuye nayandi avugwa ko mu Burundi ubu hari abarwayi benshi ba Coronavirus naho leta y’Uburundi idashaka kubashira ahabona. Mu misi yahera harabaye iyirukanwa ry’abakozi bakorera Ishirahamwe ryitaho amagara y’Abantu mu Burundi,OMS, hakanavugwa ko hoba harabaye ukutabona kumwe kwa leta y’Uburundi ibijanye no kurwanya ikiza ca COVID-19 mu gihugu c’Uburundi. https://twitter.com/SOSMediasBDI/status/1265192155330547712?s=20 Abarundi baba mu gisagara ca Bujumbura na cane cane bobo barafise ubwoba cane kubera ico kiza bivugwa ko coba gikwiragiye mu bantu ariko kubera ibikoresho vyo gupima bidashika kuri bose ntibabimenye. Mu Burundi gushika ubu hamaze kwandura abantu COVID-19 bashika ku 42 mu barenga amajana atanu bamaze gupimwa mu gisagara ca Bujumbura gusa. Ariko rero , nta numwe mu Barundi baba mu gihugu hagati arigera apimwa umugera wa Coronavirus na cane abarundi baba ku mupaka uhana imbibe n’ibindi bihugu vyanduye cane nka Tanzania hamwe n’Uburundi.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibintu bidasanzwe wokorera umukunzi wawe bikamwereka ko umukunda vyukuri (Igice ca gatatu)
Nkuko twatangiye iyi nyigisho yacu ifite umutwe ugira uti :” Ibintu wakora kugirango ugaragarize uwo mwashakanye ko umukunda by’ukuri “ Mbere tuakaba twarabagejejeho ibice bibiri by’iyi nyigisho ,ubu tukaba tugiye gukomeza tugaruka ku gice cya gatatu cyayo . Muri iki gice cya gatatu turakomeza tureba ibindi bintu bituma abashakanye banezezanya kugira ngo urukundo rwabo rusangambe. Ni ngombwa ko bagira igihe cyihariye bari hamwe kuko buri wese akeneye ko abona undi amwitayeho amutega amatwi, kaba nabyise icyo umuntu yita “Guha uwo mwashakanye umwanya mwiza wihariye”. Guha uwo mwashakanye Umwanya mwiza wihariye bishaka kuvuga ko ugomba kugena igihe ukitarura ibintu byose n’ukuvuga utarangarijye mu kureba amafirime,umupira ,imiziki kuri Television,gufata umwanya wawe munini uri murugo wibereye kuri Machine (Raptop),kuri Telephone no mu bindi bishobora kurangaza umuntu. Ukwiriye gusobanukirwa ko igihe uri kuganira na mugenzi wawe warangajwe n’ibi twavuze haruguru mu ganira usa n’udahari kuko ubwenge n’ibitekerezo byawe biba byamaze gutwarwa n’ibyo uri kubona maze ibi bigatuma utabasha gusabana mu kiganiro n’uwo mwashakanye ari nayo mpamvu usabwa ko igihe ushaka gufata umwanya w’umwihariko wo kuganira nuwo mwashakanye ukwiye kwitarura ibi byose ,ukaba wamusohokana ahantu hatuje cyangwa mu kaganira ibi byose bizimije kugirango mubone uko murebana akajisho kur’urukundo uha mugenzi wawe. Bishaka kuvuga ko muzafata igihe cyo gutembera mugenda n’amaguru kandi muri babiri gusa cyangwa kujya kurira hanze muri Restaurant bijya kumera nk’iby’abantu bari muri Fiancaille ariko biratandukanye ku bashakanye kuko Abafiance buri umwe ashobora kuba afitiye undi isoni . Mu gihe mu bashakanye bo baba baganira bafite byinshi bunguranaho ibitekerezo ndetse rimwe na rimwe ubabonye aho akagira ngo intego yabo niyo gufata amafunguro ariko kuribo intego ntaba ariyo ahubwo aba ari ukugirango bahindure uruganiriro. Burya iyo umugabo yicaranye n’ umugore akamuha iminota 45 cyangwa isaha amwitayeho ari kumwumva bigira umumaro ukomeye kuko muri iyo minota niho mubasha kuvuganira ukuri kose ndetse mu kanaganira kw’iterambere ry’urugo rwanyu bityo abashakanye bakwiye kwiha intego yo kujya bafata umwanya bakaganira bituma urugo rwabo rukomera kandi rukazira amakimbirane kuko byose biba byacocewe mu ruganiriro. Ikindi umuti umwe ntabwo ushobora kuvura uburwayi bwose niyo mpamvu habaho imiti inyuranye cyangwa se ikaba imiti ivanze bakuye mu miti itandukanye. Akaba ari yo mpamvu njya gutangira icyigisho cya mbere nabaje kukubaza ibibazo bibiri nti”1. Mbese waba uzi ibikorwa by’urukundo uwo mwashakanye yagukorera bigatuma urushaho kumukunda ? 2. Mbese waba uzi ibikorwa by’urukundo wakorera uwo mwashakanye bigatuma anezerwa, akumva ko umukunda? Ikiryoshya urukundo n’uguha uwo mwashakanye igihe cyihariye ukamwumva umuhanze amaso kandi umutima wawe ndetse n’ibitekerezo biri kuri we kandi bakaba bari ahantu hatari ibirangaza. Nk’urugero mu gihe umupapa yicaye hasi muri salon ( kuri floor) basunika agapira n’ umwana w’ imyaka 2 ibitekerezo bye ntabwo biba biri ku umupira ahubwo biba biri kuri uwo mwana ariko mu gihe uwo mu papa yaba ari gusunika ako gapira abifatanya no kuvugira kuri Telephone icyo gihe ibitekerezo bye ntabwo biba biri kuri uwo mwana. Abagabo bamwe n’abagore babo bibwira ko bakoresha Igihe cyabo hamwe kuko baba mu inzu imwe, mu mwanya umwe ,mu masaha amwe ariko ntabwo baba bari kumwe kuko birasohobka ko waba ubana n’umuntu mu nzu ariko ukamwima umwanya kandi wowe utabizi kuko buri gihe iyo ashatse ko mu ganira uba ufite ibindi wibereyemo . Iyo umugabo ari kwandikira umugore ubutumwa bugufi (message) cyangwa kuvugana kuri Telephone ntabwo aba ari kumuha igihe cy’ ubuzima kuko aba atari gukoresha ubwenge kandi n ’ibitekerezo bye ntibiba biri kuri we. Gutanga umwanya wihariye kuwo mwashakanye ntabwo bivuga kuba muri hamwe mu koresha igihe cyanyu murebana mu maso gusa ahubwo ni ugukorera ikintu hamwe kandi ku buryo buri wese ibitekerezo bye biri kuwundi ntakindi kiri ku murangaza. Mu gihe umugabo n’ umugore bari gukinana Tennis, byerekana guhana Igihe kuri buri wese ntabwo biba ari ugushyira ibitekerezo kuri uwo mukino ahubwo biba biri ku gikorwa cyo gusangira igihe cyawe na mugenzi wawe. Ibyo kandi bigakurikirwa n’ibiganiro (communication) yerekana ko buri wese ari kwita kuri mugenzi we, kuko bose baba bari kunezererwa ko buri wese ari kumwe n’undi, kandi bose basa nkaho bari gukora ibintu bimwe. Iyo uwo mwashakanye anezezwa no ku muha umwanya wihariye bizagusaba nabwo kumenya uburyo muganira kuko akenshi bisaba ku mutega amatwi kandi ukamwereka ko uri kumva amarangamutima ye. Ndagirango muri iyi nyigisho nzaguhe ibintu bigera ku icumi bizagufasha muri icyo gihe. 1: Bizagusaba kumureba mu gihe ari kukuvugisha, ibitekerezo byawe ugomba kubiganisha kuri we. 2. Ntugashake kumva ibyo uwo mwashakanye ari kukubwira uri kwikorera ibindi: Iyo uri gukora ibindi ntushobora kuvana ibitekerezo byawe kuribyo ako kanya bizagusaba ku mu bwiza ukuri, ukamubwira uti: nibyo ndabona ko ushaka kuvugana najye ndabyishimiye ariko ndashaka kukumva neza. Kubera ibyo ntabwo nabikora kano kanya ariko ubaye ushobora kumpa iminota15 nkabirangiza. Ndaza kwicara hasi nkumve. Bamwe barabyubahiriza nta kibazo. 3.Genzura uko yitwara ari ku kubwira: hari igihe aba ari gukubita mu biganza bye, ari kurira, ugomba gukurikirana movement ari kuguha biza gufasha kumenya uko amerewe (feeling). Izindi nama nakugira igihe uzaba umaze kumenya ko uwo mwashakanye akunda guhabwa umwanya wihariye bizagusaba nabwo ibi bikurikirana:  Kujyana nawe gutembera mugenda n’ amaguru hafi yaho mutuye. .-Niba mutuye mu mujyi mushobora kujya gutembera muri city Park mushobora nabwo kujya ahantu hari rose garden mu kajya muvugana kumabara yayo ,ayo akunda ni impamvu yabyo. 4. Ushobora kubwira uwo mwashakanye ku kwandikira ibintu bigera kuri bingahe bikunda ku munezaza. Maze wihe intego yo kujya byibura ukora kimwe buri kwezi ku mezi atanu akurikirana. . Ugomba gutekereza ibintu mugenzi wawe bimunezeza kurushaho niyo kuri wowe byaba bitakunezeza cyane. Umubwire ko ushaka ko buri rimwe mu kwezi ushaka kuzajya ujyana nawe. Imana Ihe urugo rwanyu umugisha. Iri jambo muritegurirwa kandi mukarigezwaho na Rev./Ev. Eustache Nibintije, Umunyeshuri wa Patriots Bible University yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Tel: +14128718098 Email: estachenib@yahoo.com
Ibintu bidasanzwe wokorera umukunzi wawe bikamwereka ko umukunda vyukuri (Igice ca kabiri)
Mu gice cya mbere cy’iyi nkuru isobanura ibintu wakora mu kugaragariza uwo mwashakanye ko umukunda nyabyo, twari twagarutse ku mbaraga z’amagambo yo gushima mu kubaka urukundo rw’abashakanye. (SOMA IGICE CYA MBERE HANO: Ibintu wakora mu kugaragariza uwo mwashakanye ko umukunda nyabyo (Igice cya mbere). Muri iki gice cya kabiri turareba izindi ngingo za ngombwa mu kubaka urukundo n’imibanire myiza hagati y’abashakanye. Uretse amagambo yo gushimira hagati y’abashakanye, ikindi cy’ingenzi ku bashakanye ni ukuvuga amagambo meza kandi ukanamenya kuyavuga mu buryo bwiza, ukagenzura uririmi rwawe mu gihe ubwira uwo mwashakanye kuko abashakanye ari ngombwa kuvugana amagambo yuzuye urukundo, ari nayo mpamvu ubanza kugenzura amagambo ugiye kubwira mugenzi wawe kandi n’uburyo ugomba gukoresha mu kuyamubwira ukabwitondera kuko akenshi iyo utabyitondeye bishobora kugabanya ikigero cy’urukundo uwo mwashakanye agukunda cyangwa se bikagusenyera. Burya hari amagambo amwe ariko asobanurwa mu buryo butandukanye bitewe n’uburyo uyavuzemo. Urugero uvuze ngo Ndagukunda undi akavuga ngo Ndakwikundira, bijya gusobanura kimwe ariko ubibwirwa abona ko kimwe kirimo akarusho. Ikindi kandi amagambo avuzwe mu ijwi ryo hejuru cyangwa se amagambo agaya ntabwo agaragaza urukundo ahubwo aba yerekana kumucira urubanza cyangwa kumwereka ko yaciye inka amabere. Uburyo uvuga ubwira umugabo wawe cyangwa umugore wawe biba ari ngenzi cyane. Bibliya itubwira ko “amagambo yoroheje yegizayo uburakari”. Mu gihe umugabo wawe cyangwa umugore wawe yarakaye cyangwa afite ibyamutesheje umutwe (stress), ntukamwongerere umuriro ahubwo mubwize ijwi ryoroheje. Kandi niba hari icyo wakoze kibi kuri we, biragusaba kumusaba imbabazi kandi ukabyihana ubwawe ukanatera intambwe yo kumwegera ukamusaba imbabazi utitaye ku cyubahiro cyawe kuko ikiba kigamijwe ni ukurangiza icyo kibazo ntabwo ari ukwerekana uko wowe ubibona. Ibyo nibyo byerekana gukura mu rukundo. Urukundo ntabwo rugarura amakosa yashize kuko nta n’umwe umeze nka malayika. Muri buzima bw’abashakanye ntabwo igihe cyose dukora ibintu neza cyangwa mu buryo bwiza, ntabwo dushobora gusiba ibyashize ahubwo kimwe dushobora gukora ni ukwihana kandi tukemera ko atari byiza tugahanga amaso iby’ahazaza. Dushobora gusaba imbabazi kandi tukagerageza gukora ibitandukanye n’ibyashize mu gihe kiri imbere. Iyo umwe ahisemo ubutabera (Justice) kandi agashaka ko yisyhurwa ibyo yakorewe urukundo ruba rubaye ikidashoboka. Iyo umwe ahisemo kubabarira mugenzi we, urukundo rurakomeza kandi rukongera rukabyuka. “Kubabarira niyo nzira urukundo runyuramo”. Hari imvugo cyangwa intekerezo zigaragaza uko kutihangana no kutababarira, izo zikaba zisenya urugo mu buryo bworoshye. Muri izo twavugamo: ”Siniyumvisha ukuntu wabikoze, ndumva ntazabyibagirwa, ntushobora kumva uko wambabaje, Sinshobora gukomeza kubana nawe nibikomeza gutya; N’iyo wampfukamira gute sinzi ko nshobora kukubabarira…” Ayo magambo yose ntabwo ari amagambo y’urukundo, ikintu cy’ingenzi kandi cyiza ni ukureka ibyo byakubabaje bibi bikaba amateka. Nibyo byarabaye kandi byarakubabaje kandi biracyakubabaza ariko icy’ingenzi ni ukubisabira imbabazi kandi ugatanga izo mbabazi. Nk’uko nabivuze haruguru ntushobora gusiba ibyashize ariko ushobora kubyemera nk’amateka ntukomeze kubyubakiraho. Dukeneye guhitamo kubaho uyu munsi tubohotse kubyo twakoze ejo hashize. Kubabarira ntabwo ari uko wiyumvamo cyangwa umerewe ahubwo KUBABARIRA nicyo usabwa gukora nk’uko ijambo ry’Imana ribivuga. Ni uguhitamo kwerekana impuhwe ntabwo ari ukugumana ibyo wakorewe ubikoresha mu guhangana n’uwabigukorereye. Kubabarira ni uburyo bwo kwerekana urukundo ugira uti: (Ndagukunda , I love you, Je t’ aime, Nakupenda.) bishaka kuvuga ngo “Nkwitayeho kandi mpisemo kukubabarira, ntabwo nzongera kwemera ko bigaruka kuri twe, ndizera ko ibi bitubayeho tuzabyigiraho, ntabwo waciye inka amabere kubera biriya byatubayeho. Uri umutware wanjye cyangwa se uri umufasha wanjye kandi twese tugiye gukora urugendo rushya duhereye hano” Iri jambo muritegurirwa kandi mukarigezwaho na Rev./Ev. Eustache Nibintije, Umunyeshuri wa Patriots Bible University yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Tel: +14128718098Email: estachenib@yahoo.com
Ibintu bidasanzwe wokorera umukunzi wawe bikamwereka ko umukunda vyukuri (Igice ca mbere )
Muri Bibiliya, mu gitabo cy’Imigani mu gice cya 18 ku murongo wa 22, hasobanura neza uburyo umugabo ubonye umugore mwiza aba agize umugisha utangaje agabiwe n’Imana ishobora byose. Hagira hati “Ubonye umugore mwiza aba abonye umugisha ahawe n’Uwiteka.”  Ijambo ry’Imana rimaze kutubwira ko ubonye umugore mwiza (uwo mwashanye mwiza) uba ubonye umugisha uhawe n’Imana. Ndashaka kubanza kuvuga kuri ririya jambo rivuga ngo “Uba ubonye umugisha uhawe n’Imana”. Nkunze kubwira abakristo ko kubona umugisha atari cyo gitangaza ko ahubwo igitangaza ari “icyo uza gukoresha uwo mugisha uhawe” cyangwa uko uzafata neza uwo mugisha wahawe. Abantu benshi bumva ko iyo uhawe umugisha biba birangiye ariko si ko bimeze kuko ugomba kumenya uko ufata neza uwo mugisha bitaba ibyo wa mugisha ukaba wakuviramo guhangayika. Niyo mpamvu uba ukwiriye kwegera Imana ukanayisaba ubwenge bwo gukoresha kugira ngo uwo mugisha utaguhindukira ibindi. Uyu munsi nk’uko bamwe mwabisabye tugiye gutangirana urugendo rwo kureba uko wafata neza uwo mugisha. Ndakwizeza ko nuramuka ukurikiranye iyi nama neza bizaguhindura ubuzima bwawe ndetse n’ imico yawe mu rugo rwawe. Ndabikubwira, kubera ko aho ntangiriye kwiga iyi program ( Christian Counseling) byahinduye ubuzima bwanjye ndetse n’ imico yanjye. Reka ntagire nkubaza ibi bibazo: 1. Mbese waba uzi ibikorwa by’urukundo uwo mwashakanye yagukorera bigatuma urushaho kumukunda ? 2. Mbese waba uzi ibikorwa by’urukundo wakorera uwo mwashakanye bigatuma anezerwa, akumva ko umukunda? Abantu bashakanye (umugabo n’umugore) bashobora kuba babanye neza kandi bakundanye ariko bakaba batazi uburyo bashobora kwerekana urukundo umwe akunda mugenzi we mu buryo bwiza. Muri iki gice cya mbere cy’inyigisho yerekana ibintu by’ibanze by’uburyo bwo kugaragariza uwo mwashakanye urukundo, turibanda ku ngingo ijyanye n’imbagara z’amagambo yo gushima hagati y’abakundanye. IMBARAGA Z’AMAGAMBO YO GUSHIMA MU KUBAKA URUKUNDO RW’ABASHAKANYE Ni ngombwa gukoresha amagambo yo gushima umugore wawe cyangwa se umugabo wawe. Ushobora kuba uyakoresha ariko ukayakoresha mu buryo busanzwe ariko si ko bimeze hari ubundi buryo ukoresha bujyane n’ amarangamutima yo mu buryo bw’ urukundo. Imigani 18:20, 21 hagira hati: “Ururimi rwiza ni rwo ruhaza inda y’umuntu, Kandi amagambo meza yunguka ni yo amuhesha guhaga. Ururimi ni rwo rwica kandi ni rwo rukiza, Abarukunda bazatungwa n’icyo ruzana.” Mu nzira yo kwerekana amarangamutima ni ugukoresha amagambo yubaka atari amagambo asenya. Salomon wanditse igitabo cyuzuyemo ubwenge bwinshi yanditse avuga ko “ururimi rufite imbaraga zitanga ubuzima cyangwa urupfu”. Iyo witegereje mu bantu bashakanye cyangwa abitegura kurushinga, usanga bamwe batarize ibijyanye n’izo mbaraga zitanga ubuzima cyangwa zikica, ziboneka mu magambo yo gushima umwe ku wundi. Gushima bifite imbaraga nyinshi mu bwumvikane hagati y’umugabo n’umugore. Hari amagambo agezweho kandi afite imbaraga mu gushima. Urugero nko kumushima ko yambaye neza kandi ko yaberewe, kumwereka ko wanezerewe uburyo yagufashije kurangiza inshingano zawe, (urugero yagutwaye ku kazi kandi wari usanzwe utega bus), kugufasha uturimo two mu rugo, ndetse ushobora kumushimira ko yanarangije inshingano afite murugo, nko kurihaa inzu niba mukodesha, kwishyura umuriro se niba muwufite munzu yanyu, kumushima ko yatetse neza, ko mu nzu hatunganyije neza (urugero nko muri salon cyangwa mu gitanda), ko abana bafite isuku, n’ibindi byinshi. Usanzwe intego y’urukundo ntabwo ari ukubona ibintu ushaka, ahubwo nI uburyo ukora ikintu mu buryo bwiza ku muntu ukunda. Niyo mpamvu iyo wakiriye Amagambo meza yo gushima bikongerera imbaraga zo gukora ibindi bikorwa ku wo mwashakanye. Kwongerera mugenzi wawe intege abenshi birabagora cyane kandi ari ikintu cy’ingenzi ku bashakanye. Ntabwo ari amagambo yo kumushima gusa, ugomba no kumubwira amagambo amwongerera ibitekerezo mu mirimo akora kuko bituma agira umurava mu akazi akora ka buri munsi atari ukumuca intege cyangwa kumuhatira ibyo wowe ushaka ko akora. Ahangaha usanga abenshi bakoresha amagambo yo kunenga cyangwa amagambo yerekana ko mugenzi we ari we nyirabayazana iyo ibintu bitagenze neza. Ntangira nakubwiye ko ushobora kuba ubikora ariko ukaba ubikora mu buryo busanzwe atari mu buryo bwo kumugaragariza amarangamutima y’urukundo umufitiye. Iri jambo muritegurirwa kandi mukarigezwaho na Rev./Ev. Eustache Nibintije, Umunyeshuri wa Patriots Bible University yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Tel: +14128718098Email: estachenib@yahoo.com
Kutabona ubutinyanka bwawe igihe kirekire yoba ari ingwara ?
Kutaja mu butinyanka biratesha umutwe, cane cane iyo uziko ata mabanga mpuzabitsina wakoze kugira hoho wiyumvire ko woba wasamye. Turashobora kuvuga ko kutaja mu butinyanaka biba ikibazo iyo haheze amezi arenga 3 utarabona ubutinyanka bwawe. Kubwa Muganga yanonosoye kuvura ingwara z’abakenyezi Minani Pierre Gerard, iyo ngorane ubwayo singwara. Ni ikimenyesto c’izindi ngwara. Turetse abakenyezi bakuze baciye imvyaro, umugore akiri muto ica mbere kimubuza kuja mu butinyanka n’uko aba yasamye, bitabaye ivyo rero biba ari ikimenyetso c’izindi ngwara. Nk’ubu nk’akarorero nk’umukobwa yagwaye igituntu co mu gitereko birashika igitereko kikononekara naho inkabuzo ziba zikwiye ntaje mu butinyanka. Igitereko kirafise ubwakiriro aho rero hubwakirro birashika  iyo wagwaye igituntu canke bilaliziyoze canke iyindi ngwara isinzikaza bikonona igitereko cawe. Ikindi kiri mu bituma umukenyezi ataja mu butinyanka ni igihe iyo umugore yakoroye inda canke akavyara akava amaraso menshi bakamukoropa cane igitereko ciwe kimererwa nabi, ivyo rero biratuma umukobwa atabona ubutinyanka ukwo ukwezi guheze. Hari n’igihe umukenyezi amara nimyaka nk’ine canke itanu ataja mu butinyanka. Biranagoye no kuvura n’uko ubu bisigaye bisa n’ivyaheze batakibigirira abakenyezi bibarutse. Umugore agandaye, ababaye yabuze umuntu nawe nyene arashobora kubura ubutinyanka bwiwe. Abakenyezi bonze, abagira ikarashishi nyinshi cane birabashikira, mugabo bagabanije bigasubira bikaja ku murongo. Hariho n’izindi ngwara z’abakenyezi zifata udusaho tw’imbuto, ivyo barabivukana aho usanga abo bakenyezi muribo bafise inkabuzo zo kugwara ingwara y’igisukari abo rero baronka ubutinyanka butandukanye gose, amaraso akayabona haheze nk’amezi atandatu aje naho akamara nk’idwi zitatu. Ni ingwara ibabaza, barabivukana ntibavyandura ni mvukanwa. Muganga rero arabandanya ati hambavu y’ivyo rero, hari n’izindi ngwara zituma umukenyezi ataja mu butinyanka biva kugwara akenshi ziva ku nkabuzo zo mu mutwe, hari n’igihe rero tutaronka insiguro nyayo vy’ukuri tutaba tubona neza ico vyavuyeko. Umukenyezi yitura Muganga ryari? Ubutinyanka ni nk’umuzingi uguma uzunguruka uva ku bintu vyinshi, ku nkabuzo zo mumutwe, zo kudusaho tw’imbuto, n’ibindi. Ica mbere n’uko namba wahora ubona umuzingi wawe ukora neza ukaba waja mu butinyanka neza ukabona uransimvye uraja kwa muganga ukaraba ko atari imbanyi, ica kabiri hari abakenyezi uwo muzingi urenga mugabo biza buri mezi abiri naho nyene ni sawa mu gihe biza ku gihe. Abandi baba bafise umuziringi uhindagurika usanga biva ku kabonge canke imyitwarariko ashitse kwa muganga baraheza bakabarungika kuri barya baba barize ivy’inyifato. Ni ibisazwe hari igihe vyiheza wa muzingi ugasubira ukaja ku murongo, uko bigenda kwose ni ngombwa ko umukenyezi aja kwa muganga. Umuntu afise iyo ngorane arasama? Umuntu ataja mu butinyanka nta wa munsi twovuga urubuto rw’umugabo ruhura n’urwumugore uheza ngo uboneke mu yandi majambo ntavyo twita “Ovulation” biba. Keshi umuzingi umara hafi ukwezi n’iminsi 28 hanyuma ubutinyanka bukamara hagati y’iminsi 3 n’iminsi 6 iyugiye munsi canke ukarenza ni ingorane haraheza rero hakaba ico twita “ovulation” hagati y’uyo muzingi barya baja mu butinyanka rimwe mu mwaka biragoye ko bagira ico bita “ovulation”. Si ukuvuga ko batazovyara mugabo biragora no guharura aho yosamira. “Abakanyezi rero basazwe babona amaraso bisanzwe, umuzingi wabo uzunguruka neza, hanyuma akabona bukwi na bukwi birahagaze uwo araza kwa muganga tugaheza tukaraba ico vyavuyeko muga rero hari n’abandi rero baba baravutse bameze gutyo  ugasanga uhereye mu buto bwabo babona amaraso gake abo rero nabo baragoye kuvura, barashobora gusama muga batevye canke naho bakabafasha mu kubaha inkabuzo zituma haba ovulation agaheza agasama.”, uko niko Muganga MINANI Pierre Gerard yanonosoye kuvura ingwara z’abakenyezi abishikiriza. Barabivura bigakira? Nk’uko twabibonye biravana nico biba vyavuyeko. Kubwa Muganga Minani, aho bidashoboka ko bavura ni igihe umukenyezi aba yavutse adafise igitereko kuko nayo nyene ni iyindi ngorane ituma umukobwa atabona ubutinyanka. Aho rero bimeze gutyo  ngo ntawukosora Imana. Muganga aranginza atera akamo abakenyezi ko mu kwirinda iyo ngorane ko ari kugira ubuzima bwiza umuntu agafungura neza akagira ikarashishi, ukinonora imitsi mugabo ntiwibabaze. Ikindi nuko iyo ngorane abakenyezi batoyifata minenerwe, umukenyezi ataja mu butinyanka ni ukuvuga ko ata “Ovulation” ib. Umukeyezi abonye bimushikiye bitahora bimushikira yonyarukira kwa muganga bakamurabira icabitumye gutyo ingorane igahera.
Ngizi hano Position 4 zidasanzwe zogufasha gushimisha umukunzi wawe (+18 )
Mu gihe mu makuru yacu aheruka twababwiye uko wokora igikorwa mu kinyamazuri bita cunniling canke cunni, aho ari ukwonka canke ugufyeta igihimba c’irondoka c’umugore mu ntumbero yo kumuryohera. Uno musi tugaruka kuri zimwe muri Position zobafasha kurangura neza ico gikorwa.  Izo position zimwe ni nk’izo : – Umugore ashobora kuba agaramye, amaguru apfunyije canke yaguye. Umugabo canke uwo bagira barangurane iryo banga nawe aba afukamye, umutwe uri mu maguru. Iyo ni Position abantu Bose basanzwe bakoresha. –  Position 69 : Iyo umugabo n’umugore baba bari muzungu wa ine, umwe wese aba afise umutwe wiwe uri mu maguru ya mugenziwe. Muri ico gihe uburyohe buraheza bugasangirwa kuko ic’umwe aba ariko akorera uwundi n’uwundi Nico aba ariko aramukorera. – Umugore ashobora kandi kuba yicaye hejuru y’isura y’umugabo, aho naho rero hakaba hashobora kuba ukwinjira kw’ururimi mu gihimba c’irondoka, mu kinyamazuru bita Pénétration  Linguale. –  Umugore ashobora kuba kandi kuba ahagaze, umugabo nawe afukamye. Iyi ariko ntiyoroshe, eka n’ugushikira igihimba bits rugongo canke Clitoris ntibiheza ngo vyorohere umugabo. Isuku Isuku rikwiye ni ngombwa mu gihe muriko mushaka kurangura iryo banga, nimba mwumva mutizeye isuku mufise ni vyiza kugenda mukiyuhagira. Haraho ariko rero umugabo abandanya yumva ko akamoto Atari Keza naho umugore aba yoze, ni vyiza ko umugore yoca aba umugabo ko yokoresha yabigenewe -Lubrifiant – . Mu gihe c’ubutinyanka, c’uburumbuke birakunda ko Cunni gikorwa, kiretse mu gihe uba ufise umugera wa SIDA. Ariko hari abagabo bamwe bashobora kwumva ko bashishwe kubera ukubona amaraso, kandi n’ukubatahura. Aho rero umwe wese aca akora Ico ashoboye. Ingwara Naho SIDA yandurwa game biciye muri ico gikorwa c’ugufyeta igihimba c’irondoka c’umugore, izindi ngwara zozo ntizokugera umutwe. Muri Ico gihe agakingirizo ntaco kogufasha, inzira imwe yo nyene ihari n’ukwihangana mu gihe wanduye.
Ngaya hano amwe mu mabanga 3 akomeye cane abakobwa badakunze kuvuga...
Hari abakunze kuvuga ko igitsina gabo yuko arico gikunda kunyegeza amabanga cane yamara ni ukwibesha kuko igitsina gore akenshi hari amwe mu mabanga akomeye cane gikunze kunyegeza , impanvu ya vyose nuko iyo ushatse kumenya ukuri bo usanga bakubwira ububeshi.  Ngaya hano amwe mu mabanga 3 akomeye cane abakobwa badakunze kuvuga  1.Imyaka yabo  Ibi abashakashatsi bavuga yuko impavu ahanini abakobwa badakunze kuvuga imyaka yabo ngo nuko ngwiyo bayivuze akenshi bashobora guhomba ibintu vyinshi harimwo no kubura abagabo, iyo rero ubandanyije uhata umukobwa umubaza imyaka yiwe akenshi aca ahitamwo kukubesha akakubwira iyitariyo. 2. Ni abasore bangahe yakundanye nabo imbere yawe  Burya iki co nkuko twabitohoje twasanze abakobwa hafi nkabose bagihuriyeko n’abahungu ,ntamuhungu yigera abwiza ukuri umukobwa bakundana iyo amubajije abakobwa bamaze gukundana uko bangana akenshi inyishu amuha iza kuba ariyububeshi , kandi ni nuko n’abakobwa nabo atanumwe ashobora ku kubwiza ukuri iyo umubajije igitigiri c’abasore yakundanye nawe mbere yawe,ariko ngo ahanini umukobwa ngo akora ibi kubera ko agukunda adashaka kuguhomba. 3.Kwihagararako m’urukundo Mu gihe umukobwa ari murukundo akora ibishoboka vyose kugirango arinde umusore bakundana ntamucike,ku buryo ico amusavye cose akimuha iyo agifise, ubushakashatsi bwerekana ko hafi igitsina gore cose ko kigerageza kwihagararako kuvyiyumviro vyabo kuburyo umuhungu bakundana adashobora kumenya ivyiyumviro aba afise murako kanya bari kumwe, akarorero ngo ni nkaho womusaba ko muryamana we akakweraka ko atabishaka nagatoya ariko kumutima wiwe atariko bimeze ahubwo nawe agukeneye vyahatari ariko kubera ukwihagararako agahitamwo kukwereka ko atabishaka.
Ngubu hano uburyo 3 budasanzwe wokoresha kugirango uronke umuntu wese wipfuza...
Umuhungu iyo agiye gusaba urukundo akenshi aba afise ubwoba bw’uko bashobora kurumwima ndetse bigatuma hari n’igihe ahitamwo kwinumira ntasabe urukundo akemera kunumirirayo. Mu rwego rwo kwirinda kumaramara, hano kuri UBM News dushimye kukubwira amayeri 3 wokoresha usaba umukobwa urukundo m’ubwenge kuburyo abura aho ahera aguhakanira.  1. Kubanza ukimenyereza umukobwa gake gake kuburyo mu girana umubano ukomeye, mugahamagarana kuri Telepehone ndetse mukanatemberanira. Igikwirikira munyuma wewe umusaba ko uwo mubano wanyu mwowita izina. Ico gihe we ashobora gucagura ko uwo mubano mwowita urukundo canke ubugenzi busanzwe, iyo avyise ubugenzi busanzwe aba akwimye urukundo mu bwenge kugirango ntumaramare canke ngushavure. 2. Aho kumubarira ko umukunda ahubwo urabihindura ukamubwira ko ari umuntu wingirakamaro kanini cane mu buzima bwawe ko akurutira abandi bakobwa bose. Ukamubwira ko hari umwanya ukomeye afise mu mutima wawe kandi ko ariwe wenyene atawundi. Iyo umubwiye gutyo abura aho ahera aguhakanira. 3. Amayeri ya gatatu ni ukubwira umukobwa ko wipfuza ko mwogerageza gukundana no kwitwara nk’abantu bakundanye mukaraba ko bishoboka, ukamubwira ko bishobotse mwobibandanya ariko bidashobotse ko mwoca mubihagarika vyihuta kuko urumva mwoba mwabonye ko mutoshoborana mu rukundo . Ico gihe umukobwa iyo umubwiye nkuko arakwemerera kuko aba yiyumvira ko ataco ari buhombe, kandi iyo yamaze kukwemerera ashiduka yagukugunze kuburyo kugira ngo asubire inyuma avuge ko bidashoboka usanga bigorana cane.
Ngibi hano Ibibazo 10 bidasanzwe umuhungu canke umukobwa yiyumvira iyo ahejeje...
Akenshi umusore n’umukobwa iyo bahejeje gukora imibonano mpuzabitsina hari vyinshi mu bibazo bibaza bigera kuri cumi (10) 1.Tumaze gusambana ariko umenye ko hari vyinshi vyo kuvana munzira. Bahejeje gukora ivyo bintu, imitima yabo itangura kwibaza cane , benshi batangura kwibaza bagasubiranamwo ngo imibonano mpuzabitsina siwo wari muti, twari kubireka tukazobikora dutwaranye, gusa vyarangiye ntakundi reka turindire turabe ibizokurikira.  2. Ninaba nanduye SIDA nzobigenza gute ? Ibibazo vy’indwara ndabikizwa niki,ndabigenza gute , ninaba nanduye sida ahi sinoba ngiye gupfa nabi,  iyaba narimbirokotse we, Mana ube wandinze simbe nanduye. 3. Ese iyo dupfuma tuguma dukundaye, ariko sinzi ko tuzobandanya dukundana ? Utangura kwibaza ibibazo vyinshi kandi bitandukanye gusa kenshi ukibaza nimba muzobandanya mukundanye ariko bikaza kurangira mutandukanye, ibi kandi rero birababaza cane iyo umuntu atanguye kwanka uwo baryamanye. 4. Ese kuba ntari bwabikore mbere narimbaye iki, kombona nari meze neza ? Utangura kwicuza iyo ntabikora nkaguma uko narindi mbere, ubu se koko sinihemukiye iyo nigumira uko nari meze mbere ntararyamana n’uyu.  5.Ese ninde uzonyitaho ? Ibi cane cane vyibazwa n’abari bamaze iminsi bakundana bakaza gukora imibonano mpuzabitsina batarubakana, aho niho buri wese aba yibaza nimba azongera kubona uwo bakundana ubundi rero ugasanga vyagiye vyanka kwizerana nuwo bagiye gukundana. 6.Ese umuhungu yoba yanteye inda canke noba nateye umukobwa inda ? Ibi vyo bitesha umukobwa ivyiyunviro vyinshi cane,  bose batangura kwibaza bigatuma bahora bameze nkabahungabanyijwe n’ivyo bakoze. 7.Ese ko ntamwiyatse kare ? Ibi bikorwa cane kugitsina gore mugihe umugabo amaze gusohora imbuto vyarangiye umukobwa yayakiriye imbanyi. 8.Ndumva niyanse cane Aha yiyumva nk’igicibwa mumaso yiwe atangura kugira isoni nyinshi kuja mu bantu bitangura kugenda bigabanuka cane agahinda ari kenshi, urukundo rugenda ruba ruke cane amera nk’uwanyagiwe n’imvura.  9.Koko  nabikorewe n’umukunzi wanje koko ? Ibi uvyiyunvira nyuma yokurangiza imibonano mpuzabitsina nimba koko uwo mubirangizanyije ariwe mwari musanzwe mukundana, umara igihe kinini uvyiyunvirako. 10.Ese hazokwirikira  iki nyuma yogutwara canke gutera inda ? Aha ho bitangura kugenda bicanga umukobwa cane cane ndetse n’umusore , ingaruka zigera kumukobwa kubibazo vy’umuryango se canke amashuri n’ibindi bisanzwe ahura navyo mu buzima.
Menya vyinshi kuri kino  gice gifasha umugore kugira ubushake bwinshi...
Rugongo ( Clitoris )  ni igice kimwe mu bigize imyanya ndangagitsina y’umugore ikaba ihererye harya haruguru ku ntango y’igitsina c’umukobwa ,ku myanya igaragara y’inyuma kikaba gifasha umugore kugira ubushake bwinshi bwo gukora imibonano mpuzabitsina. iyo umugore ashatse imibonano mpuzabitsina,rugongo ( Clitoris ) ihita ivyimba ikamera nk’uko igitsina c’umugabo gihaguruka iyo abishatse,nubwo yo iba igaragara nk’aho ari akantu gato inyuma ariko ni nini kuko iba iri imbere mu gitsina c’umugore, inyuma rero hagaca hagaragara agace gato.  Akamaro ka rugongo kagaragara cane mu gihe co gukora imibonano mpuzabistina kuko yo ifasha umugore kurangiza neza. Ku bagore bakunda kwikinisha ngo ibafasha kuryoherwa nk’aho bari mu gikorwa co gukora imibonano mpuzabistina na cane cane iyo bayikorakoraho basa n’abayivyiringira. Ikindi ngo ifasha umugore gusohora iyo umugabo aba ariko arayikozaho umutwe w’ igitsina  mu gihe co kurangura amabanga yabubatse . Iyo umugabo akoze gato kuri rugongo ( Clitoris )  naho yokozaho intoki canke ururimi nk’uko bamwe baja babikora mu gihe umugore yamaze gushukwa,rugongo ihita ihaguruka ku buryo umugore yonaryoherwa akanarangiza batiriwe bagira ikindi bakora.  Gusa rero umugabo aba agomba kwirinda gukinisha rugongo,umugore ataragira ubushake bwo gukora imibonano mpuzabitsina (atarashukwa). UBM News ” turagira inama abagabo b’abarundi baba hano muri America  bafise abagore ko boza baritwararika gukorakora kino gice  kuko Iki nico gikomeye ku mugore gituma agira ubushake bwo gukora cane imibonano mpuzabistina ( Sex ) ,iyo umugore atagifise ntabwo biba vyoroshe kuba yogira ubushuhe.
Kugirango wigarurire umukunzi wawe ibihe vyose, ngibi hano ibintu 5 bisabwa...
Ukaba ushaka ko urukundo hagati yawe n’umukunzi wawe ruguma rumeze neza ugomba gukora ukwo ushoboye kwose ukaza uramwereka ko ari hejuru y’abandi bose ukabikora biciye muvyo umukorera ariko kandi biciye no muvyo umuganiriza .  Nturindire k’umusi w’abakundana gusa (Valentine’s Day) kugira umugabo wawe umubwire amajambo aryoshe atuma abandanya kukwiyumvamwo gusumba  kuko hariho iyindi misi  364 isigaye muyisanzwe igize umwaka.  Aya ni amajambo aryohera abagabo iyo bayabwiwe n’abakunzi babo.Niwasamara abandi bakobwa canke abagore bakayamubwira uzosanga bamujanye.Ikinyamakuru grobagrint.com kivuga ko vyoba vyiza aya majambo uyamubwiye buri musi kugira urukundo rwanyu rubandanye rwiyongera aho kugabanuka.Naho twavuze ko ari abagore boyabwira abagabo,nico kimwe niyo abagabo bayabwiye abagore babo .Abatarubakana nabo nyene bashobora kuyabwirana kugira babandanye kubagarira urukundo rwabo.  1.Ndagukunda. Kubwira umugabo wawe canke umuhungu mukundana ko umukunda ntibiherera mu majambo gusa ahubwo bitegerezwa kubonekera no muvyo ukora canke ingene wigenza urikumwe nawe.Abagabo canke abahungu ni abantu boroshe badasaba ibintu bihambaye bakunda ko ubereka ko ubitayeho ukabereka ko ubashigikiye muvyo bariko barakora.Ereka umukunzi wawe ko umukunda  azokwiyumvamwo ko afise agaciro imbere yawe ,ko akunzwe kandi ntuzoba wihenze. 2.Ndakwubaha. Kwereka umukunzi wawe ko wubaha ivyiyumviro vyiwe ni ikinti gikomeye cane.Mwereke ko uriko uramwumviriza cane ureke gusamara mugihe ariko arakubwira ikintu kuko ni waja muvyawe ariko aravuga azoca abona ko ivyo ariko aravuga utavyitayeho.Niwahugira kuri telephone nko kuri whatsapp mugihe hari ivyo ariko arakubwira bizotuma abona ko hari abandi witayeho gusumba ivyo ariko arakubwira.Gerageza umutege amatwi kandi umwereke ko umwubaha haba muvyo avuga ndetse no muvyo akora ,wirinde kandi kumuciramwo mugihe ariko aravuga ngo umwicishe amajambo nkaho ivyo avuga atakigenda. 3.Ndagukeneye. Abagore rimwe na rimwe cane cane abamaze kuvyara usanga batwagwa n’utuntu twinshi bariko barakora ,ariko gerageza wereke umugabo wawe ko ukeneye ko akuba hafi kugira agufashe muvyo ashoboye.Ni wamwereka ko ukeneye ko akwama hafi bizotuma yumva ko urukundo rwanyu rumeze neza.Mwereke ko atakintu nakimwe kikunezera nkiyo akuri hafi. 4.Ndashima ivyo unkorera. Ntamuntu numwe atumva anezerewe iyo bamushimiye kuvyo yakoze.Umuntu wese usanga ashaka kumenya ko ivyo yakoreye umuntu kanaka vyamuryoheye.Niwabwira umugabo wawe ko ushima kandi bivuye kumutima ivyo agukorera bizotuma aryoherwa bikomeye ndetse vyongereze uko yahora akwiyumvamwo. 5.Ndakwizera. Abantu bose baranezerwa iyo bashimiwe kuvyo bakoze ariko iyo bikozwe n’umukunzi wawe biba akarusho kandi bikaryoha gusumba.Bwira umugabo wawe canke umuhungu mukundana ko  ari umuntu wigitangaza kandi wizera cane muvyo akora harimwo nivyo agukorera ,bizotuma adacika intege ahuwo yumve inguvu zo kubandanya zigwije na kabiri.Ico uhamagarirwa ni  ukumenya ko umukunzi wawe yashitse kuntumbero yari yihaye muvyo ariko ararangura kandi nawe ugashiramwo intererano yawe. Kora uko ushoboye kwose umwereke ko umuri inyuma muvyo ariko arakora(que tu est fan de son style),mubwire ko asa neza ,aseka neza kandi ari umugabo umuntu wese yo kwipfuza ko yoba se w’abana biwe ,bizotuma yumva ko ari umuntu adasanzwe. Ivyo niwabikora  buri musi uzoba wigaruriye umugabo wawe canke umuhungu mukundana.
Hamenyekanye impanvu idasanzwe ituma ingo zabubatse ziguma zisambuka
Ukutamenya gukora neza imibono mpuzabitsina ngo ni kimwe mu bituma ingo zimwe zimwe zisambuka, ivyo bikaba vyashikirijwe mu kiganiro cagizwe hagati y’abantu batandukanye (abagabo, abagore hamwe n’abakiri bato).  Mu bituma ingo zimwe zimwe zitandukana ngo harimwo ukutaba ashikanirwa aho ashaka n’umugenzi wiwe, ivyo bikaba bituma bamwe bamwe bipfuza kuja hanze haba ku bo bigeze guhura canke kuja kurondera uwo yibaza ko ashobora kumufasha ngo ashobore kuryoherwa gusumba.  Muri ico kiganiro abo abagore baramenyesheje ko n’ukutayaga hagati y’abagabo n’abafasha babo bishobora kuba bimwe mu bibitera.
Ngaya hano amakosa umuntu wese akwije imyaka 18 akwiye kwirinda gukora...
Abashakashatsi nkuko babivuga, bo bemeza ko makosa mu buzima yuko ari ikintu gisanzwe cane, n’abashaje ngo harigihe bakora amakosa, abo murikigihe bo bararengeje ariko aya ni amakosa ukwiye kwirinda cane gukora mu gihe uri mu myaka ya 18 kubandanya 1) Gukora ikintu urabira kubandi
Gerageza kuba ueuwiwe hako woshaka kuba nk’uko uwundi muntu ameze. Nubwo woba ushima ivyo mugenzawe akora ndetse bikanakubera urugero ukanamwigiraho ariko wirinde ntugakore ibisa nivyo akora ahubwo kora ivyawe nkawe utamwiganye kandi abarundi nibo baciye umugani bati : ingendo y’uwundi iravuna. Kwiyunvira ubushobozi afise canke kwiyunvira uburyo afise n’ibindi bizogusubiza inyuma ahubwo ipfuze gukora umwanya munini nkawe nkuko akora, ipfuze gukora ukagera ku bindi ubona atashitseko . Ba wewe ubwawe ku myaka yawe y’inkomezi ufise kandi kugirango niwasaza uzobere akarorero keza ku bandi n’ingirakamaro ku gihugu cawe, nturabe aho abandi bageze ahubwo raba wewe aho ugeze. 2) Kwirengagiza ukuri
Kuri iyi myaka ufise ukwiye kuba umunyakuri hakiri kare utazosaza nabi abantu bakuvuma. Ntukabeshere abandi, ntiwibeshere ivyo udashoboye canke utakoze kuko uracari muto iminsi iraguhenda. Kora ivyawe, emera ivy’abandi, gerageza kumenya n’ivyabandi ubikoreshe mu vyawe ariko ba umugabo hakiri kare uce mu nzira z’ukuri kandi umenye ko atabutunzi bwa vuba bubaho n’iyo bubayeho ntubusazana kuko utabuvunikiye. 3) Kudakingira imibonano mpuzabitsina yawe
Turaza kubibabwira ku ngingo ya 6 ko iyi myaka igorana cane kuyifatamwo mu gihe utihaye Imana. Hano ntidushatse kubashishikariza ubusambanyi ariko namwe murabizi uko vyifashe iyi minsi, hari ababikora kenshi kurusha n’abubakanye.  iki kigero cawe c’imyaka sico gutera inda ukarera umwana utiteguriye kuko nawe uriremereye, sico gucibwa intege canke kubwirwa ko wanduye agakoko. Nuko rero ntuzokore ikosa ryo gukora imibonano mpuzabitsina idakingiye, burigihe cose koresha agakingirizo ( CONDOM ) . Ushobora kuvuga ngoya nta CONDOM wokoresha kuko ngutayikoresheje niho wunva uryohewe cane ariko aho uzoba ariko urihenda cane kuko haryoha mu mutwe ntiharyoha mu maguru ntibazokubeshe!!!! Kandi nimba ugirango n’ibintu vyoroshe uzoganire neza n’umukobwa bateye inda atabishaka canke umusore wayiteye atabishaka kandi atari tayari kurongora, azokubwira koyakoze ikosa rinini cane. 4) Kwibagira kuzigama ivyakazoza kawe.
Muri ikigihe birashika hakaba atamahera menshi ukorera canke ubona. uhembwa amadollar 400 mundwi zibiri ariko ugaca ukuramwo 250 ukaguramwo ikirato ( Jordan, Nike etc ) ariko tutagiye kubesha kubarundi baba hano muri America canke ahandi hose, uribaza ko ngaho uba uriko uraziganya ??? nivyiza ukaza uraziganya hako woza urakora iryo sesagura ry’amahera. 5) Kugira abagenzi bagutesha umwanya
Abagenzi bawe urabazi bose, abagutesha umwanya urabazi, abakugirira akamaro mu kazi canke mwishuri, abakugira inama, abagufasha nabakuremesha bose urabazi. None nikuki uta umwanya wawe mu bagenzi uzi neza ko ari abagutesha umwanya ataco bakungura ? Abagenzi bagutesha umwanya ni abo muzokwicara ukumva ibiganiro bakubwira arivyo kuvuga abandi b’ikigero murimwo canke ugasanga baza bakubwira insaku gusa, ubwo rero mu buzima ukwiye gucagura abagenzi uzi ko bagufitiye akamaro.
Ino nkuru idasanzwe ishobora guhindura ibintu vyinshi mu buzima bwawe ”...
Umuntu mubi iyo amenye ko abantu bamuzi kwakora ibintu bibi, rimwe na rimwe inguvu aba afise zo gukora ibibi zirapunguka bityo nivyiza yuko iyo umenye ko hari umuntu ashaka kugukorera ikibi, uze ubimubwire hakiri kare kugirango amenye ko ivyo ashaka gukora yuko uza warabimenye ariko kubimubwira bisabwa uze ubikorane urukundo.  Akarorero : Iyo umenye ko umubanyi wawe ari mumipango yo kukuroga ugapfa ukava kwisi, ica mbere mukunde, icakabiri muhamagare umubwire kuno ” Mubanyi wanje, ndagukunda cane kandi ndipfuza ko wokwama hamande yanje ukanfansha mubingora vyose, ariko ikintangaza sinzi impanvu wewe utankunda ! ariko uziyunva gute ninapfa canke nkaba ahantu utazokongera kumbona ? heza hanyuma uce winumira. Ndakubwiza ukuri niwamubwira ayo majambo, ako kanya nyene azoca amenya ko wagunduye imipango yiwe yose, ikindi naco nuko uzoba wamuvuruze mu mutwe kuko igihe cose azoba ashaka gukora ikibi iwawe, inguvu zizomuherana kandi azobikora afise ubwoba bwinshi bivanye nay’amajambo wamubwira. Icishe abantu bubu nuko batazi kwaka inkomezi abansi babo mukubabwiza ukuri kuko bo babivugana ishavu hamwe nibitutsi, akarorero : ubu niho ngiye nemera ko uri umusazi atabwenge ufise kweli , ivyiza vyose nagukoreye ntavyubona kugeza naho ushaka kundoga ? , nyica rero ndabe ariko ndazi nawe kuzopfa wakivagunduwe uzopfuko. ” uvuze nkuko ndanka kukubesha uba umwongeje inkomezi zo kugukorera ikibi icarico cose. Iyo rero m’ubuzima bwawe umenye ko hariho umwansi wawe ashaka kugukorera ikibi, ntumwanke nkuko akwanka canke ngo umutuke ahubwo mukunde umwikundirizeko, kugirango bimutere isoni nanyene ubwiwe ryo kugukorera ikibi ” uwo wibaza ko ari umwansi wawe, guhera uno musi nawe nyene numukunde, ntumwanke kuko urukundo arirwo rwonyene rugarukana amahoro mubuzima bwamisi yose tubayemwo.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibihuha ni vyinshi ku bagwaye ingwara ya coronavirus m’Uburundi
Kumbuga ngurukana bumenyi hariko haraca amakuru avuga ko m’Uburundi abagwayi bane boba bitavye Imana mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Bikavugwa kandi ko n’umukuru w’Inama nshingamateka nawene ari ku musego biturutse kur’iyo ngwara ya coronavirus yugarije isi yose.  Ayandi makuru nayo akavuga ko umupfasoni w’umukuru w’igihugu nawene yajanywe mu gihugu ca Kenya kwivuza iyo ngwara ibuza umuntu guhema harimwo n’ubushuhe. Abantu nabo bakaguma barungika ubutumwa ku mbuga ngurukana bumenyi bavuga imiti itandukanye yoshobora kuvura no gukinga iyo ngwara ya coronavirus. Ayo makuru rero akaba atarabeshuzwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu benshi bagiriza kutitaba kukamo baba batewe n’abagwayi bibonyeko ibimenyesto vya coronavirus. Inumero za telephone zatanzwe nyinshi zikaba zititaba. Ubwo bushikirangani bw’amagara y’abantu bukaba butaratanga inkuru zikwiye kurabo bagwayi bavugwa hamwe no kuriyo miti abantu bifashisha kugira bivure ingwara ya coronavirus.
Denise Nkurunziza yoba yajanwe muri Kenya kuvurwa Coronavirus
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba akandi yiteguriye gusohoka ku butegetsi, ariwe Denise Bucumi Nkurunziza, yajanwe mu gihugu ca Kenya inyuma yo kwandura umugera wa Coronavirus. Ibinyamakuru vya Kenya biremeza iyo nkuru ko Denise Nkurunziza yuriye indege ejo ku musi wa kane mwibanga ntangere ajanwe ku bitaro vyigenga biri muri kenya avurwe COVID-19. Ikinyamakuru kimwe kinavuga mbere ko nabakaozi bakorera ku kibuga c’indege ca Bujumbura batemerewe kwegera ku nyandiko za Bucumi Denise zo kuja muri Kenya.  Bikavurwa kandi ko yagiye ajanye n’aba garde-corps biwe batatu umwe muribo akaba yaranduye nawe uyo mugera wa Covid-19. Naho ayo makuru yagizwe ibanga ntangere, biraboneka ko ibinyamakuru vyo muri Kenya vyovyo vyaciye bibona icajanye Denise Bucumi mu gihugu ca Kenya ko ari ukwivuze Coronavirus. Umushiikiranganji Thadee Ndikumana naho yahakanye ko yagiye muri Kenya kwivuza Coronavirus ku wa 21 Rusama 2020, ibinyamakuru vya Kenya vyemeza ko yagiyeyo kwivuza Covid-19. Sources: 1. https://metropoltv.co.ke/2020/05/29/burundis-ex-first-lady-airlifted-to-kenya-after-contracting-covid-19/ 2. https://sonkonews.com/burundi-first-lady-airlifted-kenya-covid-19/ 3.https://citizentv.co.ke/news/burundi-first-lady-evacuated-to-kenya-after-contracting-covid-19-334094/
Abasenyeri bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020
Umugwi w’abasenyeri bo mu Burundi, CECAB, bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020.  CECAB ikabona ko naho amatora muri rusangi yabaye mu mutekano, hatabuze ibigenda nabi. CECAB iravuga ko hatabaye ugufata kumwe abakandida bahiganirwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu. “Turababajwe cane n’utunenge twinshi twabaye mu matora ku bijanye n’ubwigenge, umuco mu matora hamwe nukunganisha abahiganwe bose mu kubafata kumwe bitabaye”, niko Joachin Ntahondereye arongoye CECAB yamenyesheje. Ibindi abo basenyeri bavuga bitagenze neza mu matora ni uguhata abahagarariye amatora gusinya ku nzandiko za nyuma zivyavuye mu matora(proces verbaux, ugutora mu kibanza c’abapfuye hamwe n’impunzi hamwe no kuja gutorera abandi incuro nyinshi.  Ibindi umugwi w’abaseneyri uvuga ko bitagenze neza ni kuba hari abatora batoye incuro irenga imwe hamwe no kwirukana abari bahagarariye amatora bo mu mugambwe CNL nabandi hamwe no kubatera ubwoba bikozwe n’abategetsi batwara. Idini rya katolika mu Burundi rikaba ryari risanzwe rifitaniye umubano mubi na leta ya CNDD-FDD kuva mu matora yose yarenganye. Ubwo leta y’Uburundi iza kwishura gute kuri ibi birego vyashizwe ahabona na katolika?
#COVID-19: Umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye Coronavirus
Mu makuru ariko aca ku mbuga nguruakana bumenyi ataremezwa na leta y’Uburundi avuga ko umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye umugera wa Coronavirus. Mu makuru ashirwa ahabona n’ikinyamakuru SOS Media Burundi avuga ko umushikiramganji w’amagara y’Abantu, Thaddee Ndikumana, yoba yajanwe mu gihugu ca Kenya kugira avurwe mu buryo bwihuta kubera Coronavirus yoba yaranduye.  Aya makuru arahuye nayandi avugwa ko mu Burundi ubu hari abarwayi benshi ba Coronavirus naho leta y’Uburundi idashaka kubashira ahabona. Mu misi yahera harabaye iyirukanwa ry’abakozi bakorera Ishirahamwe ryitaho amagara y’Abantu mu Burundi,OMS, hakanavugwa ko hoba harabaye ukutabona kumwe kwa leta y’Uburundi ibijanye no kurwanya ikiza ca COVID-19 mu gihugu c’Uburundi. https://twitter.com/SOSMediasBDI/status/1265192155330547712?s=20 Abarundi baba mu gisagara ca Bujumbura na cane cane bobo barafise ubwoba cane kubera ico kiza bivugwa ko coba gikwiragiye mu bantu ariko kubera ibikoresho vyo gupima bidashika kuri bose ntibabimenye. Mu Burundi gushika ubu hamaze kwandura abantu COVID-19 bashika ku 42 mu barenga amajana atanu bamaze gupimwa mu gisagara ca Bujumbura gusa. Ariko rero , nta numwe mu Barundi baba mu gihugu hagati arigera apimwa umugera wa Coronavirus na cane abarundi baba ku mupaka uhana imbibe n’ibindi bihugu vyanduye cane nka Tanzania hamwe n’Uburundi.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibintu bidasanzwe wokorera umukunzi wawe bikamwereka ko umukunda vyukuri (Igice ca gatatu)
Nkuko twatangiye iyi nyigisho yacu ifite umutwe ugira uti :” Ibintu wakora kugirango ugaragarize uwo mwashakanye ko umukunda by’ukuri “ Mbere tuakaba twarabagejejeho ibice bibiri by’iyi nyigisho ,ubu tukaba tugiye gukomeza tugaruka ku gice cya gatatu cyayo . Muri iki gice cya gatatu turakomeza tureba ibindi bintu bituma abashakanye banezezanya kugira ngo urukundo rwabo rusangambe. Ni ngombwa ko bagira igihe cyihariye bari hamwe kuko buri wese akeneye ko abona undi amwitayeho amutega amatwi, kaba nabyise icyo umuntu yita “Guha uwo mwashakanye umwanya mwiza wihariye”. Guha uwo mwashakanye Umwanya mwiza wihariye bishaka kuvuga ko ugomba kugena igihe ukitarura ibintu byose n’ukuvuga utarangarijye mu kureba amafirime,umupira ,imiziki kuri Television,gufata umwanya wawe munini uri murugo wibereye kuri Machine (Raptop),kuri Telephone no mu bindi bishobora kurangaza umuntu. Ukwiriye gusobanukirwa ko igihe uri kuganira na mugenzi wawe warangajwe n’ibi twavuze haruguru mu ganira usa n’udahari kuko ubwenge n’ibitekerezo byawe biba byamaze gutwarwa n’ibyo uri kubona maze ibi bigatuma utabasha gusabana mu kiganiro n’uwo mwashakanye ari nayo mpamvu usabwa ko igihe ushaka gufata umwanya w’umwihariko wo kuganira nuwo mwashakanye ukwiye kwitarura ibi byose ,ukaba wamusohokana ahantu hatuje cyangwa mu kaganira ibi byose bizimije kugirango mubone uko murebana akajisho kur’urukundo uha mugenzi wawe. Bishaka kuvuga ko muzafata igihe cyo gutembera mugenda n’amaguru kandi muri babiri gusa cyangwa kujya kurira hanze muri Restaurant bijya kumera nk’iby’abantu bari muri Fiancaille ariko biratandukanye ku bashakanye kuko Abafiance buri umwe ashobora kuba afitiye undi isoni . Mu gihe mu bashakanye bo baba baganira bafite byinshi bunguranaho ibitekerezo ndetse rimwe na rimwe ubabonye aho akagira ngo intego yabo niyo gufata amafunguro ariko kuribo intego ntaba ariyo ahubwo aba ari ukugirango bahindure uruganiriro. Burya iyo umugabo yicaranye n’ umugore akamuha iminota 45 cyangwa isaha amwitayeho ari kumwumva bigira umumaro ukomeye kuko muri iyo minota niho mubasha kuvuganira ukuri kose ndetse mu kanaganira kw’iterambere ry’urugo rwanyu bityo abashakanye bakwiye kwiha intego yo kujya bafata umwanya bakaganira bituma urugo rwabo rukomera kandi rukazira amakimbirane kuko byose biba byacocewe mu ruganiriro. Ikindi umuti umwe ntabwo ushobora kuvura uburwayi bwose niyo mpamvu habaho imiti inyuranye cyangwa se ikaba imiti ivanze bakuye mu miti itandukanye. Akaba ari yo mpamvu njya gutangira icyigisho cya mbere nabaje kukubaza ibibazo bibiri nti”1. Mbese waba uzi ibikorwa by’urukundo uwo mwashakanye yagukorera bigatuma urushaho kumukunda ? 2. Mbese waba uzi ibikorwa by’urukundo wakorera uwo mwashakanye bigatuma anezerwa, akumva ko umukunda? Ikiryoshya urukundo n’uguha uwo mwashakanye igihe cyihariye ukamwumva umuhanze amaso kandi umutima wawe ndetse n’ibitekerezo biri kuri we kandi bakaba bari ahantu hatari ibirangaza. Nk’urugero mu gihe umupapa yicaye hasi muri salon ( kuri floor) basunika agapira n’ umwana w’ imyaka 2 ibitekerezo bye ntabwo biba biri ku umupira ahubwo biba biri kuri uwo mwana ariko mu gihe uwo mu papa yaba ari gusunika ako gapira abifatanya no kuvugira kuri Telephone icyo gihe ibitekerezo bye ntabwo biba biri kuri uwo mwana. Abagabo bamwe n’abagore babo bibwira ko bakoresha Igihe cyabo hamwe kuko baba mu inzu imwe, mu mwanya umwe ,mu masaha amwe ariko ntabwo baba bari kumwe kuko birasohobka ko waba ubana n’umuntu mu nzu ariko ukamwima umwanya kandi wowe utabizi kuko buri gihe iyo ashatse ko mu ganira uba ufite ibindi wibereyemo . Iyo umugabo ari kwandikira umugore ubutumwa bugufi (message) cyangwa kuvugana kuri Telephone ntabwo aba ari kumuha igihe cy’ ubuzima kuko aba atari gukoresha ubwenge kandi n ’ibitekerezo bye ntibiba biri kuri we. Gutanga umwanya wihariye kuwo mwashakanye ntabwo bivuga kuba muri hamwe mu koresha igihe cyanyu murebana mu maso gusa ahubwo ni ugukorera ikintu hamwe kandi ku buryo buri wese ibitekerezo bye biri kuwundi ntakindi kiri ku murangaza. Mu gihe umugabo n’ umugore bari gukinana Tennis, byerekana guhana Igihe kuri buri wese ntabwo biba ari ugushyira ibitekerezo kuri uwo mukino ahubwo biba biri ku gikorwa cyo gusangira igihe cyawe na mugenzi wawe. Ibyo kandi bigakurikirwa n’ibiganiro (communication) yerekana ko buri wese ari kwita kuri mugenzi we, kuko bose baba bari kunezererwa ko buri wese ari kumwe n’undi, kandi bose basa nkaho bari gukora ibintu bimwe. Iyo uwo mwashakanye anezezwa no ku muha umwanya wihariye bizagusaba nabwo kumenya uburyo muganira kuko akenshi bisaba ku mutega amatwi kandi ukamwereka ko uri kumva amarangamutima ye. Ndagirango muri iyi nyigisho nzaguhe ibintu bigera ku icumi bizagufasha muri icyo gihe. 1: Bizagusaba kumureba mu gihe ari kukuvugisha, ibitekerezo byawe ugomba kubiganisha kuri we. 2. Ntugashake kumva ibyo uwo mwashakanye ari kukubwira uri kwikorera ibindi: Iyo uri gukora ibindi ntushobora kuvana ibitekerezo byawe kuribyo ako kanya bizagusaba ku mu bwiza ukuri, ukamubwira uti: nibyo ndabona ko ushaka kuvugana najye ndabyishimiye ariko ndashaka kukumva neza. Kubera ibyo ntabwo nabikora kano kanya ariko ubaye ushobora kumpa iminota15 nkabirangiza. Ndaza kwicara hasi nkumve. Bamwe barabyubahiriza nta kibazo. 3.Genzura uko yitwara ari ku kubwira: hari igihe aba ari gukubita mu biganza bye, ari kurira, ugomba gukurikirana movement ari kuguha biza gufasha kumenya uko amerewe (feeling). Izindi nama nakugira igihe uzaba umaze kumenya ko uwo mwashakanye akunda guhabwa umwanya wihariye bizagusaba nabwo ibi bikurikirana:  Kujyana nawe gutembera mugenda n’ amaguru hafi yaho mutuye. .-Niba mutuye mu mujyi mushobora kujya gutembera muri city Park mushobora nabwo kujya ahantu hari rose garden mu kajya muvugana kumabara yayo ,ayo akunda ni impamvu yabyo. 4. Ushobora kubwira uwo mwashakanye ku kwandikira ibintu bigera kuri bingahe bikunda ku munezaza. Maze wihe intego yo kujya byibura ukora kimwe buri kwezi ku mezi atanu akurikirana. . Ugomba gutekereza ibintu mugenzi wawe bimunezeza kurushaho niyo kuri wowe byaba bitakunezeza cyane. Umubwire ko ushaka ko buri rimwe mu kwezi ushaka kuzajya ujyana nawe. Imana Ihe urugo rwanyu umugisha. Iri jambo muritegurirwa kandi mukarigezwaho na Rev./Ev. Eustache Nibintije, Umunyeshuri wa Patriots Bible University yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Tel: +14128718098 Email: estachenib@yahoo.com
Ibintu bidasanzwe wokorera umukunzi wawe bikamwereka ko umukunda vyukuri (Igice ca kabiri)
Mu gice cya mbere cy’iyi nkuru isobanura ibintu wakora mu kugaragariza uwo mwashakanye ko umukunda nyabyo, twari twagarutse ku mbaraga z’amagambo yo gushima mu kubaka urukundo rw’abashakanye. (SOMA IGICE CYA MBERE HANO: Ibintu wakora mu kugaragariza uwo mwashakanye ko umukunda nyabyo (Igice cya mbere). Muri iki gice cya kabiri turareba izindi ngingo za ngombwa mu kubaka urukundo n’imibanire myiza hagati y’abashakanye. Uretse amagambo yo gushimira hagati y’abashakanye, ikindi cy’ingenzi ku bashakanye ni ukuvuga amagambo meza kandi ukanamenya kuyavuga mu buryo bwiza, ukagenzura uririmi rwawe mu gihe ubwira uwo mwashakanye kuko abashakanye ari ngombwa kuvugana amagambo yuzuye urukundo, ari nayo mpamvu ubanza kugenzura amagambo ugiye kubwira mugenzi wawe kandi n’uburyo ugomba gukoresha mu kuyamubwira ukabwitondera kuko akenshi iyo utabyitondeye bishobora kugabanya ikigero cy’urukundo uwo mwashakanye agukunda cyangwa se bikagusenyera. Burya hari amagambo amwe ariko asobanurwa mu buryo butandukanye bitewe n’uburyo uyavuzemo. Urugero uvuze ngo Ndagukunda undi akavuga ngo Ndakwikundira, bijya gusobanura kimwe ariko ubibwirwa abona ko kimwe kirimo akarusho. Ikindi kandi amagambo avuzwe mu ijwi ryo hejuru cyangwa se amagambo agaya ntabwo agaragaza urukundo ahubwo aba yerekana kumucira urubanza cyangwa kumwereka ko yaciye inka amabere. Uburyo uvuga ubwira umugabo wawe cyangwa umugore wawe biba ari ngenzi cyane. Bibliya itubwira ko “amagambo yoroheje yegizayo uburakari”. Mu gihe umugabo wawe cyangwa umugore wawe yarakaye cyangwa afite ibyamutesheje umutwe (stress), ntukamwongerere umuriro ahubwo mubwize ijwi ryoroheje. Kandi niba hari icyo wakoze kibi kuri we, biragusaba kumusaba imbabazi kandi ukabyihana ubwawe ukanatera intambwe yo kumwegera ukamusaba imbabazi utitaye ku cyubahiro cyawe kuko ikiba kigamijwe ni ukurangiza icyo kibazo ntabwo ari ukwerekana uko wowe ubibona. Ibyo nibyo byerekana gukura mu rukundo. Urukundo ntabwo rugarura amakosa yashize kuko nta n’umwe umeze nka malayika. Muri buzima bw’abashakanye ntabwo igihe cyose dukora ibintu neza cyangwa mu buryo bwiza, ntabwo dushobora gusiba ibyashize ahubwo kimwe dushobora gukora ni ukwihana kandi tukemera ko atari byiza tugahanga amaso iby’ahazaza. Dushobora gusaba imbabazi kandi tukagerageza gukora ibitandukanye n’ibyashize mu gihe kiri imbere. Iyo umwe ahisemo ubutabera (Justice) kandi agashaka ko yisyhurwa ibyo yakorewe urukundo ruba rubaye ikidashoboka. Iyo umwe ahisemo kubabarira mugenzi we, urukundo rurakomeza kandi rukongera rukabyuka. “Kubabarira niyo nzira urukundo runyuramo”. Hari imvugo cyangwa intekerezo zigaragaza uko kutihangana no kutababarira, izo zikaba zisenya urugo mu buryo bworoshye. Muri izo twavugamo: ”Siniyumvisha ukuntu wabikoze, ndumva ntazabyibagirwa, ntushobora kumva uko wambabaje, Sinshobora gukomeza kubana nawe nibikomeza gutya; N’iyo wampfukamira gute sinzi ko nshobora kukubabarira…” Ayo magambo yose ntabwo ari amagambo y’urukundo, ikintu cy’ingenzi kandi cyiza ni ukureka ibyo byakubabaje bibi bikaba amateka. Nibyo byarabaye kandi byarakubabaje kandi biracyakubabaza ariko icy’ingenzi ni ukubisabira imbabazi kandi ugatanga izo mbabazi. Nk’uko nabivuze haruguru ntushobora gusiba ibyashize ariko ushobora kubyemera nk’amateka ntukomeze kubyubakiraho. Dukeneye guhitamo kubaho uyu munsi tubohotse kubyo twakoze ejo hashize. Kubabarira ntabwo ari uko wiyumvamo cyangwa umerewe ahubwo KUBABARIRA nicyo usabwa gukora nk’uko ijambo ry’Imana ribivuga. Ni uguhitamo kwerekana impuhwe ntabwo ari ukugumana ibyo wakorewe ubikoresha mu guhangana n’uwabigukorereye. Kubabarira ni uburyo bwo kwerekana urukundo ugira uti: (Ndagukunda , I love you, Je t’ aime, Nakupenda.) bishaka kuvuga ngo “Nkwitayeho kandi mpisemo kukubabarira, ntabwo nzongera kwemera ko bigaruka kuri twe, ndizera ko ibi bitubayeho tuzabyigiraho, ntabwo waciye inka amabere kubera biriya byatubayeho. Uri umutware wanjye cyangwa se uri umufasha wanjye kandi twese tugiye gukora urugendo rushya duhereye hano” Iri jambo muritegurirwa kandi mukarigezwaho na Rev./Ev. Eustache Nibintije, Umunyeshuri wa Patriots Bible University yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Tel: +14128718098Email: estachenib@yahoo.com
Ibintu bidasanzwe wokorera umukunzi wawe bikamwereka ko umukunda vyukuri (Igice ca mbere )
Muri Bibiliya, mu gitabo cy’Imigani mu gice cya 18 ku murongo wa 22, hasobanura neza uburyo umugabo ubonye umugore mwiza aba agize umugisha utangaje agabiwe n’Imana ishobora byose. Hagira hati “Ubonye umugore mwiza aba abonye umugisha ahawe n’Uwiteka.”  Ijambo ry’Imana rimaze kutubwira ko ubonye umugore mwiza (uwo mwashanye mwiza) uba ubonye umugisha uhawe n’Imana. Ndashaka kubanza kuvuga kuri ririya jambo rivuga ngo “Uba ubonye umugisha uhawe n’Imana”. Nkunze kubwira abakristo ko kubona umugisha atari cyo gitangaza ko ahubwo igitangaza ari “icyo uza gukoresha uwo mugisha uhawe” cyangwa uko uzafata neza uwo mugisha wahawe. Abantu benshi bumva ko iyo uhawe umugisha biba birangiye ariko si ko bimeze kuko ugomba kumenya uko ufata neza uwo mugisha bitaba ibyo wa mugisha ukaba wakuviramo guhangayika. Niyo mpamvu uba ukwiriye kwegera Imana ukanayisaba ubwenge bwo gukoresha kugira ngo uwo mugisha utaguhindukira ibindi. Uyu munsi nk’uko bamwe mwabisabye tugiye gutangirana urugendo rwo kureba uko wafata neza uwo mugisha. Ndakwizeza ko nuramuka ukurikiranye iyi nama neza bizaguhindura ubuzima bwawe ndetse n’ imico yawe mu rugo rwawe. Ndabikubwira, kubera ko aho ntangiriye kwiga iyi program ( Christian Counseling) byahinduye ubuzima bwanjye ndetse n’ imico yanjye. Reka ntagire nkubaza ibi bibazo: 1. Mbese waba uzi ibikorwa by’urukundo uwo mwashakanye yagukorera bigatuma urushaho kumukunda ? 2. Mbese waba uzi ibikorwa by’urukundo wakorera uwo mwashakanye bigatuma anezerwa, akumva ko umukunda? Abantu bashakanye (umugabo n’umugore) bashobora kuba babanye neza kandi bakundanye ariko bakaba batazi uburyo bashobora kwerekana urukundo umwe akunda mugenzi we mu buryo bwiza. Muri iki gice cya mbere cy’inyigisho yerekana ibintu by’ibanze by’uburyo bwo kugaragariza uwo mwashakanye urukundo, turibanda ku ngingo ijyanye n’imbagara z’amagambo yo gushima hagati y’abakundanye. IMBARAGA Z’AMAGAMBO YO GUSHIMA MU KUBAKA URUKUNDO RW’ABASHAKANYE Ni ngombwa gukoresha amagambo yo gushima umugore wawe cyangwa se umugabo wawe. Ushobora kuba uyakoresha ariko ukayakoresha mu buryo busanzwe ariko si ko bimeze hari ubundi buryo ukoresha bujyane n’ amarangamutima yo mu buryo bw’ urukundo. Imigani 18:20, 21 hagira hati: “Ururimi rwiza ni rwo ruhaza inda y’umuntu, Kandi amagambo meza yunguka ni yo amuhesha guhaga. Ururimi ni rwo rwica kandi ni rwo rukiza, Abarukunda bazatungwa n’icyo ruzana.” Mu nzira yo kwerekana amarangamutima ni ugukoresha amagambo yubaka atari amagambo asenya. Salomon wanditse igitabo cyuzuyemo ubwenge bwinshi yanditse avuga ko “ururimi rufite imbaraga zitanga ubuzima cyangwa urupfu”. Iyo witegereje mu bantu bashakanye cyangwa abitegura kurushinga, usanga bamwe batarize ibijyanye n’izo mbaraga zitanga ubuzima cyangwa zikica, ziboneka mu magambo yo gushima umwe ku wundi. Gushima bifite imbaraga nyinshi mu bwumvikane hagati y’umugabo n’umugore. Hari amagambo agezweho kandi afite imbaraga mu gushima. Urugero nko kumushima ko yambaye neza kandi ko yaberewe, kumwereka ko wanezerewe uburyo yagufashije kurangiza inshingano zawe, (urugero yagutwaye ku kazi kandi wari usanzwe utega bus), kugufasha uturimo two mu rugo, ndetse ushobora kumushimira ko yanarangije inshingano afite murugo, nko kurihaa inzu niba mukodesha, kwishyura umuriro se niba muwufite munzu yanyu, kumushima ko yatetse neza, ko mu nzu hatunganyije neza (urugero nko muri salon cyangwa mu gitanda), ko abana bafite isuku, n’ibindi byinshi. Usanzwe intego y’urukundo ntabwo ari ukubona ibintu ushaka, ahubwo nI uburyo ukora ikintu mu buryo bwiza ku muntu ukunda. Niyo mpamvu iyo wakiriye Amagambo meza yo gushima bikongerera imbaraga zo gukora ibindi bikorwa ku wo mwashakanye. Kwongerera mugenzi wawe intege abenshi birabagora cyane kandi ari ikintu cy’ingenzi ku bashakanye. Ntabwo ari amagambo yo kumushima gusa, ugomba no kumubwira amagambo amwongerera ibitekerezo mu mirimo akora kuko bituma agira umurava mu akazi akora ka buri munsi atari ukumuca intege cyangwa kumuhatira ibyo wowe ushaka ko akora. Ahangaha usanga abenshi bakoresha amagambo yo kunenga cyangwa amagambo yerekana ko mugenzi we ari we nyirabayazana iyo ibintu bitagenze neza. Ntangira nakubwiye ko ushobora kuba ubikora ariko ukaba ubikora mu buryo busanzwe atari mu buryo bwo kumugaragariza amarangamutima y’urukundo umufitiye. Iri jambo muritegurirwa kandi mukarigezwaho na Rev./Ev. Eustache Nibintije, Umunyeshuri wa Patriots Bible University yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Tel: +14128718098Email: estachenib@yahoo.com
Kutabona ubutinyanka bwawe igihe kirekire yoba ari ingwara ?
Kutaja mu butinyanka biratesha umutwe, cane cane iyo uziko ata mabanga mpuzabitsina wakoze kugira hoho wiyumvire ko woba wasamye. Turashobora kuvuga ko kutaja mu butinyanaka biba ikibazo iyo haheze amezi arenga 3 utarabona ubutinyanka bwawe. Kubwa Muganga yanonosoye kuvura ingwara z’abakenyezi Minani Pierre Gerard, iyo ngorane ubwayo singwara. Ni ikimenyesto c’izindi ngwara. Turetse abakenyezi bakuze baciye imvyaro, umugore akiri muto ica mbere kimubuza kuja mu butinyanka n’uko aba yasamye, bitabaye ivyo rero biba ari ikimenyetso c’izindi ngwara. Nk’ubu nk’akarorero nk’umukobwa yagwaye igituntu co mu gitereko birashika igitereko kikononekara naho inkabuzo ziba zikwiye ntaje mu butinyanka. Igitereko kirafise ubwakiriro aho rero hubwakirro birashika  iyo wagwaye igituntu canke bilaliziyoze canke iyindi ngwara isinzikaza bikonona igitereko cawe. Ikindi kiri mu bituma umukenyezi ataja mu butinyanka ni igihe iyo umugore yakoroye inda canke akavyara akava amaraso menshi bakamukoropa cane igitereko ciwe kimererwa nabi, ivyo rero biratuma umukobwa atabona ubutinyanka ukwo ukwezi guheze. Hari n’igihe umukenyezi amara nimyaka nk’ine canke itanu ataja mu butinyanka. Biranagoye no kuvura n’uko ubu bisigaye bisa n’ivyaheze batakibigirira abakenyezi bibarutse. Umugore agandaye, ababaye yabuze umuntu nawe nyene arashobora kubura ubutinyanka bwiwe. Abakenyezi bonze, abagira ikarashishi nyinshi cane birabashikira, mugabo bagabanije bigasubira bikaja ku murongo. Hariho n’izindi ngwara z’abakenyezi zifata udusaho tw’imbuto, ivyo barabivukana aho usanga abo bakenyezi muribo bafise inkabuzo zo kugwara ingwara y’igisukari abo rero baronka ubutinyanka butandukanye gose, amaraso akayabona haheze nk’amezi atandatu aje naho akamara nk’idwi zitatu. Ni ingwara ibabaza, barabivukana ntibavyandura ni mvukanwa. Muganga rero arabandanya ati hambavu y’ivyo rero, hari n’izindi ngwara zituma umukenyezi ataja mu butinyanka biva kugwara akenshi ziva ku nkabuzo zo mu mutwe, hari n’igihe rero tutaronka insiguro nyayo vy’ukuri tutaba tubona neza ico vyavuyeko. Umukenyezi yitura Muganga ryari? Ubutinyanka ni nk’umuzingi uguma uzunguruka uva ku bintu vyinshi, ku nkabuzo zo mumutwe, zo kudusaho tw’imbuto, n’ibindi. Ica mbere n’uko namba wahora ubona umuzingi wawe ukora neza ukaba waja mu butinyanka neza ukabona uransimvye uraja kwa muganga ukaraba ko atari imbanyi, ica kabiri hari abakenyezi uwo muzingi urenga mugabo biza buri mezi abiri naho nyene ni sawa mu gihe biza ku gihe. Abandi baba bafise umuziringi uhindagurika usanga biva ku kabonge canke imyitwarariko ashitse kwa muganga baraheza bakabarungika kuri barya baba barize ivy’inyifato. Ni ibisazwe hari igihe vyiheza wa muzingi ugasubira ukaja ku murongo, uko bigenda kwose ni ngombwa ko umukenyezi aja kwa muganga. Umuntu afise iyo ngorane arasama? Umuntu ataja mu butinyanka nta wa munsi twovuga urubuto rw’umugabo ruhura n’urwumugore uheza ngo uboneke mu yandi majambo ntavyo twita “Ovulation” biba. Keshi umuzingi umara hafi ukwezi n’iminsi 28 hanyuma ubutinyanka bukamara hagati y’iminsi 3 n’iminsi 6 iyugiye munsi canke ukarenza ni ingorane haraheza rero hakaba ico twita “ovulation” hagati y’uyo muzingi barya baja mu butinyanka rimwe mu mwaka biragoye ko bagira ico bita “ovulation”. Si ukuvuga ko batazovyara mugabo biragora no guharura aho yosamira. “Abakanyezi rero basazwe babona amaraso bisanzwe, umuzingi wabo uzunguruka neza, hanyuma akabona bukwi na bukwi birahagaze uwo araza kwa muganga tugaheza tukaraba ico vyavuyeko muga rero hari n’abandi rero baba baravutse bameze gutyo  ugasanga uhereye mu buto bwabo babona amaraso gake abo rero nabo baragoye kuvura, barashobora gusama muga batevye canke naho bakabafasha mu kubaha inkabuzo zituma haba ovulation agaheza agasama.”, uko niko Muganga MINANI Pierre Gerard yanonosoye kuvura ingwara z’abakenyezi abishikiriza. Barabivura bigakira? Nk’uko twabibonye biravana nico biba vyavuyeko. Kubwa Muganga Minani, aho bidashoboka ko bavura ni igihe umukenyezi aba yavutse adafise igitereko kuko nayo nyene ni iyindi ngorane ituma umukobwa atabona ubutinyanka. Aho rero bimeze gutyo  ngo ntawukosora Imana. Muganga aranginza atera akamo abakenyezi ko mu kwirinda iyo ngorane ko ari kugira ubuzima bwiza umuntu agafungura neza akagira ikarashishi, ukinonora imitsi mugabo ntiwibabaze. Ikindi nuko iyo ngorane abakenyezi batoyifata minenerwe, umukenyezi ataja mu butinyanka ni ukuvuga ko ata “Ovulation” ib. Umukeyezi abonye bimushikiye bitahora bimushikira yonyarukira kwa muganga bakamurabira icabitumye gutyo ingorane igahera.
Ngizi hano Position 4 zidasanzwe zogufasha gushimisha umukunzi wawe (+18 )
Mu gihe mu makuru yacu aheruka twababwiye uko wokora igikorwa mu kinyamazuri bita cunniling canke cunni, aho ari ukwonka canke ugufyeta igihimba c’irondoka c’umugore mu ntumbero yo kumuryohera. Uno musi tugaruka kuri zimwe muri Position zobafasha kurangura neza ico gikorwa.  Izo position zimwe ni nk’izo : – Umugore ashobora kuba agaramye, amaguru apfunyije canke yaguye. Umugabo canke uwo bagira barangurane iryo banga nawe aba afukamye, umutwe uri mu maguru. Iyo ni Position abantu Bose basanzwe bakoresha. –  Position 69 : Iyo umugabo n’umugore baba bari muzungu wa ine, umwe wese aba afise umutwe wiwe uri mu maguru ya mugenziwe. Muri ico gihe uburyohe buraheza bugasangirwa kuko ic’umwe aba ariko akorera uwundi n’uwundi Nico aba ariko aramukorera. – Umugore ashobora kandi kuba yicaye hejuru y’isura y’umugabo, aho naho rero hakaba hashobora kuba ukwinjira kw’ururimi mu gihimba c’irondoka, mu kinyamazuru bita Pénétration  Linguale. –  Umugore ashobora kuba kandi kuba ahagaze, umugabo nawe afukamye. Iyi ariko ntiyoroshe, eka n’ugushikira igihimba bits rugongo canke Clitoris ntibiheza ngo vyorohere umugabo. Isuku Isuku rikwiye ni ngombwa mu gihe muriko mushaka kurangura iryo banga, nimba mwumva mutizeye isuku mufise ni vyiza kugenda mukiyuhagira. Haraho ariko rero umugabo abandanya yumva ko akamoto Atari Keza naho umugore aba yoze, ni vyiza ko umugore yoca aba umugabo ko yokoresha yabigenewe -Lubrifiant – . Mu gihe c’ubutinyanka, c’uburumbuke birakunda ko Cunni gikorwa, kiretse mu gihe uba ufise umugera wa SIDA. Ariko hari abagabo bamwe bashobora kwumva ko bashishwe kubera ukubona amaraso, kandi n’ukubatahura. Aho rero umwe wese aca akora Ico ashoboye. Ingwara Naho SIDA yandurwa game biciye muri ico gikorwa c’ugufyeta igihimba c’irondoka c’umugore, izindi ngwara zozo ntizokugera umutwe. Muri Ico gihe agakingirizo ntaco kogufasha, inzira imwe yo nyene ihari n’ukwihangana mu gihe wanduye.
Ngaya amwe mu makosa akomeye cane ukwiye kwirinda gukorera umukunzi wawe.
Mu mibano y’abantu bakundanye, akenshi biba bisabwa ko bose bagerageza uko bashoboye kwose kugirango buzuzanye , nimba umwe akeneye gukora ikintu kanaka akabanza kubaza umukunzi wiwe kugirango bose bazane ivyiyunviro, harigihe rero usanga hagati yabo habonetse ukutunvikana aho umuntu umwe ashobora kuzana iciyunviro ariko uwundi akacanka, tugiye kurabira hamwe ibintu 4 umugabo canke umusore asabwa kwirinda gukorera umukunzi wiwe kuberako kenshi bihungabanya urukundo.   1. KUMUFATA KU NGUVU
Abantu benshi biyunvira ko gufata kunguvu bikorwa n’abantu bakuze babikorera abana ariko siko bimeze, kuko igihe cose ushatse gukoresha inguvu, nkakarorero guhata Umukunzi wawe ngo mukore imibonano mpuzabitsina atabishaka, ibi navyo vyitwa ko uba umufashe kunguvu kuko wamuhase munyuma aca aravyemera kandi atabishaka, Nivyiza rero ko mubanza kuganira kugirango mukore ibintu mwese mwiyunvamwo. 2. KUMUKUBITA
Kirazira kikaziririzwa gukubita umugore, nimba umugore agukoreye ibintu bikakubabaza, Inyishu ntabwo ari ugukubita ahubwo gerageza wegere incuti ziwe za hafi uzibwire ico kibazo kandi uzigishe inama z’ukuntu mwoheza ibibazo biba biri hagati yanyu.  3. KUTAMWUBAHA
Abagore(abakobwa) benshi bakunda umuntu afata umwanya wo kubunviriza akumva ivyo bamubwira, naho umugore yoba ariko arakubwira ibintu wewe udakunda ariko biba bisabwa ko ufata umwanya ukamwunviriza , hari abagabo baba bashaka ko aribo bagira ijambo murugo bonyene kuburyo abagore baba bababona ko atajambo bafise ariko nanka kukubesha ibi sibintu vyiza kuko abagore nabo bafise ivyiyunviro vyiza ndetse bifise akamaro ubwo nabo biba bisabwa ko ubaha umwanya wo kunviriza ivyo bavuga. 4. KUMUBESHA
Muri kino gihe hadutse ingeso yo kubeshanya , iyo ho bigeze mu bakundana akenshi bikunze gutuma n’abantu batandukana , nimba ufise Umukunzi ntabwo ari vyiza kumubesha na gato ahubwo biba bisabwa ko mubwizanya ukuri igihe cose.
Menya hano ibintu 6 vyiza cane wokorera umukunzi wawe akazorinda apfa...
Abakobwa bamenyereye ko abahungu aribo bagomba kwirya bakimara kugira ngo berekane urukundo, Ariko umukobwa wese aho ava akagera yarakwiye kumenya ko urukundo atari urw’umwe ahubwo ari urwa babiri.  Umukobwa agomba gukora vyose kugira ngo yereke umukunzi wiwe ako amukunda vy’ukuri. Iyo umuntu agitangura gukundana naho yoba afise imyaka 12 aba yumvako uwo bakundana ariwe bazobana, yamara bikunze gushika gake kubera benshi usanga bahebana bivanye nuko usanga batazi ivyo gukora bishimisha abakunzi babo. Niyo mpamvu rero uba ugomba kwirinda guheba umukunzi wawe kuko uba utazi aho muzohurira, kurubu haraboneka abasore basigaye birukira abagore kubera ubutunzi, iyo ubuzima buhindutse batangura kwicuza impamvu birengagije abo bakunda bakirukira ubutunzi. Iyo ukundanye n’umusore ukamwereka urukundo rw’ukuri bituma aguhoza k’umutima naho yoguheba haragera igihe bimwankira akakugarukira. Ibi n’ibintu vyiza wokorera umusore akazorinda apfa atarakwibagiye m’ubuzima.  1-Gira ikintu kimwe umukorera buri gihe: akarorero rondera nk’uburyo bwawe bwisangije bwo kumutemberera canke bwo kumubaza amakuru yiwe. Ushobora no kugira ibindi umukorera nkokuja kumuraba murugo iwe aho atuye canke aho akorera buri gihe kw’isaha imwe no ku munsi umwe wahaca ukamupepeya kuburyo ubimumenyereza noneho hagize igihe ntubikore bikamutera kuvyibazaho. 2-Uzomukorere ikintu muburyo atari yiteze : Urondera ikintu kimwe womukorera coroshe cane ariko wagikoreye ubushakashatsi ukoresheje ubwenge bwinshi kandi ugikore utamuteguje kuburyo nawe ubwiwe atungurwa bikamutangaza cane. 3-Indabo : Gira indabo yawe wisangije umuraba, imeze neza kandi irimwo urukundo, uze ukunda kuyimuraba igihe muri kumwe, uyimurabe akanya. Ibi binabongerera kubandanya kuba umwe mu rukundo. 4-Menya ibimushimisha: Bisabwa umenye ibishimisha umukunzi wawe, kandi ukiga gushimishwa n’ibimushimisha. wIrinde kwikunda no kumvako ivyo ushaka yuko arivyo bifise agaciro gusa, ahubwo menya kumwubaha cane, kumuba hafi no kumwitaho ivyiwe abe arivyo ushira imbere. 5-Mwigishe ivyo ukunda: Hari ibintu ukunda kurusha ibindi, hari n’abantu ukunda cane mu buzima bwawe, igisha umukunzi wawe gukunda ivyo ukunda kuko ntiwokwizera neza ko ivyo ukunda abizi vyose. 6-Ntihazogire ico umwima: Ivyo umukunzi wawe azogusaba vyose ntuzogire na kimwe umwima, ibishoboka vyose, ivyo ufise vyose ntihazogire na kimwe umuhakanira. Kuko umuntu wahaye umutima wawe ntakindi uba usigaje, Gusa uzokwirinde kuryamana nawe igihe cose mutarubaka urugo, kuko niyo wanka kuryamana nawe munyuma we akagenda akaryamana n’abakobwa bashika kuri 10 azakugarukira kuko azobona ko utandukanye n’abandi bakobwa ” abahungu bubu turabesha cane ngo utemeye kuryamana natwe ngo duhita tuguheba, ubwo nububeshi ahubwo abahungu benshi babikora kugirango gusa barabe ko umeze nkabandi bakobwa bityo uze urihagaraho cane kuko niwihenda nagato umuhungu azoguheba kuko rimwe na rimwe azokwibaza ko uri indaya canke se ko uryamana n’abahungu abaribo bose, ubwo Uzomukorere vyose, na biriya twavuze ruguru ariko wirinde kuryamana nawe, ubigendere kure cane kuko niwibesha azokwibagira vuba cane.
Womenya gute ko umukobwa ari isugi ? Menya vyinshi kubijanye n’ubusugi...
Benshi mu basore b’abarundi baba hano muri Leta zunze ubumwe za America bibaza vyinshi cane kuvyerekeye ubusugi bw’abakobwa, bakibaza uburyo womenya ko umukobwa akiri isugi canke kwatari yo. Ese kuba isugi bishaka kuvuga iki muri rusangi ? Ese umukobwa ashobora gusama kandi agifise ibimenyetso vy’ubusugi? Menya vyinshi kurivyo.  Kugira umukobwa bavuge ko akiri isugi igihe cose, n’imugihe atagitsina c’umuhungu/umugabo kiba kirinjira mu gitsina ce. Ni ukuvuga ngo igihe cose yoba atarigera akora imibonano mpuzabitsina. Igihe hagize ikindi kintu kibasha kugera mu gitsina c’umukobwa kitari igitsina c’umugabo, urugero nk’urutoki rwa mugenzi we canke agatambara k’amazi, ibi ntibibuza ko umukobwa bamwita isugi. Hymen (agahu gato cane kaba gatwikiriye ku mwenge w’igitsina c’umukobwa utarakora imibonano mpuzabitsina) Ese ni ko kamenyetso konyene kagaragaza umukobwa akiri isugi? Bavuga ko Hymen canke kariya gahu iyo gacitse kakava ku mwenge w’igitsina c’umukobwa, atari co kimenyetso conyene gishobora kwerekana ko umukobwa akiri isugi kubera ko aka gahu gashobora gucika biturutse ku zindi mpamvu zitari ugukora imibonano mpuzabitsina. Urugero nko gukora sports, kugenda cane n’ibindi. Gusa ngo mu gihe aka gahu gacitse biturutse ku gukora imibonano mpuzabitsina vyo bishobora kugenderwaho bavuga ko umukobwa yatakaje ubusugi bwiwe Ese kuva amaraso canke  kubabara mu gihe ukoze imibonano mpuzabitsina nivyo bigaragaza ko ukiri isugi? Oya, ibi ntibivuga ko uba uri isugi  kuko umukobwa ashobora kuva amaraso mu mibonano mpuzabitsina ikindi naco nuko  ( Hymen )  ishobora gucika utagize ububabare na bumwe canke ngo uve amaraso. Ese umuganga ashobora kumenya yuko umukobwa akiri isugi? Oya, umuganga ntashobora kumenya ko ukiri isugi ahubwo umuganga ashobora kubona ko Hymen yawe yacitse canke kw’itakihari, ni ukuvuga ko itakiri mu mwanya wayo. Gusa, muganga akubaza nimba warigeze gukora imibonano mpuzabitsina mu buzima bwawe mbere y’uko agusuzuma ( Gynecological examination ), bityo bimufasha kumenya ubwoko bw’igikoresho yokwifashisha bita  ” speculum ” kugirango ntahave aca Hymen yawe. Ni gute abakobwa bashobora kubesha ko ari amasugi kandi barakoze imibonano mpuzabitsina? Abakobwa benshi bashobora kubesha ko ari amasugi  kumbe barakoze imibonano mpuzabitsina. Akarorero, abakobwa bamwe ngo bashobora gusaba abahungu gukora imibonano yo mu kibuno (Anal penetration), noneho ibi bigaca bigatuma ka gahu bita Hymen katavuduka kubera ko batakoze imibonano mu nzira isanzwe ahubwo bakoze imibonano yo mu kibuno Hymen kandi ishobora kutavuduka canke ngo icike kandi umukobwa yarakoze imibonano mpuzabitsina, aha naho iyo umukobwa rero avuze ko ari isugi aba abeshe Kuba imiryango imwe n’imwe mu barundi baba hano muri America yoba iraba mu mashuka umukobwa wabo yarayemwo mw’ijoro yakoze ubukwe ko harimwo amaraso, akenshi bibwira ko aya maraso aturuka ku gucika kwa Hymen na vyo ni ukwibesha cane kuko iki ntabwo ari ikimenyetso c’ubusugi bw’umukobwa. Kuba isugi ntibivuga kuba isugi mu mubiri gusa ahubwo bivuga kuba isugi mu mubiri no mu vyiyunviro. Urugero ushobora gukora ( caress ) n’incuti yawe ariko ntimugere aho mukora imibonano mpuzabitsina, ibi ntibivuga rero  yuko uba ukiri isugi, kuko ntabwo ubusugi bwawe uba warabutakarije mu vyiyunviro ariko ku mubiri ukibufise. Ico dusaba abakobwa bakora imibonano yo mu kibuno (Anal penetration) mu rwego rwo kugira ngo bazobeshe ko bakiri amasugi nuko bobiheba kuko gukora imibonano mpuzabitsina binyuze mu kibuno ni inzira yanduriramwo agakoko gatera SIDA ku buryo bworoshe, ni ukuvuga ko agakingirizo ari ngombwa mu gihe cose woba ukoresha ubu buryo. Ikindi kandi nuko ugomba kwitonda cane kubera ko ushobora no gusama nubwo woba wakoresheje ubu buryo, kuko amasohoro y’umugabo ashobora kumanuka akava mu kibuno agatemba yinjira mu gitsina (vagina).
Ngibi hano Ibintu 5 wokorera umukobwa bigaca bituma we ubwiwe akwingingira...
Abahungu b’ubu ntibakimenya gufata neza abakobwa ibi rero bigaca bigatuma niyo bubatse ingo zitamara kabiri kubera kutamenya gufata neza abagore babo. Umukobwa mukundana uba ugomba kumufata neza mu buryo bwose bushoboka kandi bitagutwaye amahera. Iga kumukorera ibintu vyiza no kumukunda vy’ukuri haba mu majambo hamwe no mu bikorwa. abahungu bamenyereye ko aribo babanza gusaba umukobwa ko bokora imibonano mpuzabitsina, kuko umukobwa nubwo yoba abishaka bimutera isoni agahitamwo kwinumira ahubwo ubimubajije akakubwira ko atavyo ashaka.  Ibi ngiye kukubwira niwabikorera umukobwa, we ubwiwe azakwinginga agutakambire agusaba ko womwemerera mukaryamana. 1-Mu rukundo rwanyu, mwereke ko ata kikwirukanza, ko ufise umwanya wose, ubitware buhoro buhoro ariko buri munsi umwereka utuntu dutandukanye tumwereka ko umukunda vy’ukuri. Ntukaje utuma muba muri kumwe mwenyene ahantu hinyegeje, n’igihe bibaye ntukamwegere uze ugerageze wicare kure yiwe. Igihe muri kumwe mwenyene uze uririnda kumukora ku bice vy’ibanga, uze uramukora ku maboko, mwizosi, mu mushatsi no kw’itama. ndetse umwereke ko umwubashe ariko ko unamutinya. 2-Rimwe na rimwe uze urafata ikiganza ciwe hanyuma uhejeje  uce ufata urutoki rwawe rumwe urucishe mu kiganza ciwe uduze buhoro buhoro kukuboko, uruduze ugeze ku rutugu use nk’utambika ujana kwizosi, uhejeje uce ureka ndetse unamurekure, haheze nk’iminota ibiri ubisubire hanyuma uhite umureka umuve iruhande uzobisubire nimwasubira kubonana.  3-Murabe mu maso hanyuma umwegere buhoro cane use nk’umwegereza umunwa wawe, niwaheza ukatishe umuhe aga Kiss kwitama koroheje kandi kagenda bukebuke, uhejeje uhindure umusaya buhoro cane umuhe akandi kurindi tama. Umwongorere akajambo keza kamwereka ko umukunda 4-Murwe munda cane umwiyegereze hahere nk’amasegonda 20 wamugumbiriye, uhejeje umurekure use nkuwumwigizayo umuraba mu maso. Ubundi uhagarare umere nk’uwegama ku gikuta maze umufate mu maboko yawe, murabana canke se yaguteye umugongo umufashe mu biganza, niwaheza umusunike umwigizeyo. Rimwe na rimwe uze uracishamwo umuterure, canke umuheke, aho rero ni murwego rwo kugirango umwereke ko umwishimiye.  5-Ugerageze umuganirize ibiganiro bimutwara umutima. Uti nk’ubu icokumpa turi twenyene canke nk’ubu twibera mwisi yacu twenyene nogukoresha iki? Ibiganiro nk’ivyo bituma yiyunvira cane kubyo nijiro ryose ryohera akikwiyunvira. Ibi tukubwiye akenshi niwabikoresha bizotuma umukobwa abona ko umukunda ndetse ko umwitaho, akenshi niyo hagera igihe caho mupanga kuryamana, we ashobora kubikwingingira kuko kenshi abakobwa bakunda kuryamana nabo bunva bo ubwabo bakunda ndetse baba biyunvamwo.
Menya hano Ibintu 5 bikomeye cane ukwiye kwirinda kubwira umukobwa ukunda
Murikigihe usanga benshi bafise imvugo zitandukanye kuvyerekeye imibano mu miryango, benshi usanga bavuga ngo : “nta rukundo nyarwo rukibaho”, abandi ngo : “ingo z’ubu ntakigenda”. Twagerageje kubegeraniriza amwe mu majambo abagabo badakwiye kubwira abakunzi babo.  1. Kumubwira ko afise amabere meza Abagore co kimwe n’abakobwa baranka uwubabwira uko amabere yabo ameze.
Usanga abagabo benshi bakunda kubwira abakobwa ko bafise amabere meza gusa muvy’ukuri iyo uvuze iryo jambo, icumvikana cane n’uko bija mu nzira z’ubusambanyi. Mu bakobwa usanga hari abafise amabere manini abandi mato, mu bihugu biteye imbere nkaha muri Leta Zunze ubumwe za Amerika, benshi baja gukoresha amabere y’amakorano kugira ngo bagire manini. Usanga rero abakobwa badakunda kugira amabere manini aribo benshi kandi baba mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere. Si vyiza rero kubwira umukunzi wawe canke uwundi mukobwa uwo ari wese ko afise amabere meza kandi ubona ko ari manini, iciza n’uko wokwinumira. 2. Ubu usigaye Ufise amategeko yawe canke ? Abakobwa benshi barababazwa no kubwirwa iri jambo mu gihe umuhungu canke umugabo arivuze aba asa n’uwikinira. Si vyiza gukoresha amajambo akomeye kuko atariyo yereka umuntu ko ari mu makosa, nimba umukunzi wawe yakoze amakosa canke hari ivyo yakoze mu buryo utari witeguriye, gerageza kumwegera umwumve kuko akenshi aba yabikoze kugira ngo akunezereze. 3. Mfise akazi kenshi Abagabo benshi mu masaha y’amakuru, umupira, ibiganiro haba kuri radiyo canke kuri televiziyo, usanga ata kindi kintu baba bitayeho.
Yamara ayo masaha usanga ariyo umukunzi wawe aba akeneye kukubwira utuntu twinshi kandi ukamusubiza. Kukubaza ibijanye n’akazi, kukubwira ukamutoza ico azokwambara ku munsi mukuru runaka, ndetse hari vyinshi uba udakwiye kwirengagiza. Abagore rero baba bakeneye umuntu abitaho kuruta ibindi vyose. 4. Turagabura kuriha ! Iri jambo naryo riri mu majambo amwe abagore badakunda. Bamwe mu basore usanga namba yasohokanye n’umukobwa cane cane ubwa mbere yanka kwishura amajambo yose kuko ngo aba atarizera namba uwo mukobwa azomwemera koko. Yamara ngo usanga aba ariko yiyononera inzira igihe cose yibaza ko bofashanya kuriha amafaranga y ‘ivyo bakoresheje yaba amafaranga y’urugendo canke ibindi bintu bafashe. Sivyiza kugabura ahubwo mwobivuganako hanyuma nawe akazoriha ikindi gihe. 5. Nari nasinziriye Inyishu nk’iyi abagore barayanka. Si vyiza kubwira umukunzi wawe ko wari wasinziriye mu gihe akubajije impamvu utagiye ku kazi, wacerewe gufata imodoka canke utagiye gutahana abana kw ‘ishure. Iki gihe agufata nk’uwutagize agira ico ukora canke nk’uko ataco witayeho kandi wewe wabifata nk’ibintu vyoroshe. Ashobora kukwumva mu gihe umubwiye ko wari wasinziriye kubera warurushe kubera akazi canke ikindi kintu cose gifise inyungu. Ikiruta vyose ni ukumenya neza umukunzi wawe, ukamenya uko ameze, ivyo yanka, bizogufasha kubana nawe umukorera ivyo uzi bitamubabaza.
Ni abantu bake cane bibuka iyo bavuye ndetse bakibuka n’ababagarukiyeko igihe...
Habaye umwigeme w’impumyi yashavuzwa cane n’ukuba ari impumyi. Uwo mwigeme
yanka abantu bose kiretse umusore umwe yamukunda cane. Uwo musore yama
iruhande ya wa mwigeme amufasha yongera amuhoza.  Wa mwigeme abwira wa musore ati: ” Hamwe nosubira kubona, noca nkwemerera
tukubakana”. Umunsi uri izina, wa mwigeme aronka ingabire y’amaso abiri. Bamukuyeko
ibitambara vyari bimupfutse mu maso, aca abona ibimukikije vyose, harimwo
na wa musore yamukunda. Uwo musore aca abaza wa mwigeme ati: ” Ubu none ko
ubona, wonyemerera tukubakana?” Wa mwigeme aravye wa musore asanga ni impumyi, ntiyashobora no kwihangana
abonye ibigohe vy’amaso vya wa musore bifatanye. Ntiyari yiteze ko umusore
amukunda ari impumyi. Yiyumviriye ko ubuzima bwiwe bwose azoguma abona
ibigohe vy’uwo musore vyugaye, yaciye amuheba, ararahira  ko
adashobora kwubakana na we.  Wa musore amosozi amutanga hasi, ava hasi aragenda. Haheze iminsi mikeyi,
wa musore yandikira ikete wa mwigeme amubwira ati:” Mukobwa nakunze, ayo
maso yawe urayabungabunga kuko imbere yuko aba rwawe yari rwanje.” Nguko uko ubwenge bw’abantu bukora iyo ibintu bihindutse bakamererwa neza. Ni abantu bake cane bibuka iyo bavuye, bakibuka n’ababagarukiyeko igihe
bari bagowe. UBUZIMA NI INGABIRE Kuri uwu munsi uri hejuru, imbere yuko uvuga ijambo ritaroranye, uribuka
ikiragi kidashobora kuvuga n’ijambo na rimwe. Imbere yo kwinenaguza indya ngo ntiziryoshe, ibuka urya muntu ataronse na
dukeyi afungura. Imbere yo kwidogera umugabo wawe canke umugore wawe, ibuka urya muntu ariko
aratakambira Imana ngo imuhe uwo bubakana. Kuri uwu munsi uri hejuru, imbere yo kwidogera ubuzima urimwo, ibuka urya
muntu Imana yahamagaye akiri muto. Imbere yo kwidogera uruvyaro rwawe, ibuka urya muntu yipfuza ibibondo atari
bubironke kubera ukutavyara. Imbere yo kurakara ngo inzu yawe ntikubuye, ibuka barya bantu bose batagira
aho baba barara rubunda mu mabarabara. Imbere yo kwijogota ngo wagenze urugendo rurerure n’imodokari, ibuka urya
wundi muntu ahagenda n’amaguru. Ni wumva urushe kubera akazi wakoze, imbere yo kwidoga uribuka birya
bishomeri bitagira akazi, barya bamugaye badashobora gukora na barya
bipfujije akazi nkako kawe ariko ntibakaronke. Imbere yo gutunga urutoke mugenzawe umwagiriza ibi na biriya, uribuka ko
ata n’umwe ari umutagatifu kuri iyi si kandi ko twese tuzocirwa urubanza
n’UWATUREMYE gusa. Ukaramuka usagirijwe n’ivyiyumviro bigutera kwihebura, uragumana akamwemwe
mu maso, ushimire imana ko ukiriho. Imbere yo gusezera, nimba ubona ko ino nkuru hariho abandi yogirira akamaro, yigire ” Share kuri Facebook ” n’abandi bayisome wongere uyirungikire abagenzi hamwe ni ncuti zawe. IMANA IGUHEZAGIRE MWESE
Raba ibice bikomeye kumukobwa ushobora gukorako maze agaca ashaka gukora imibonano...
Hari imyanya imwe n’imwe ku bantu b’igitsina gore ibafasha gukenera gukora imibonano mpuzabitsina ( Sex ) uko vyogenda kose mu gihe ikozweho n’umuntu w’igitsina gabo ndetse no kwihangana bikaba vyobagora cane.  Ibi bice vy’umubiri bigira ubukirigitwe cane ku muntu w’igitsina gore bikaba ari nayo mpamvu bifatwa cane kandi bigakururwa n’amaraso y’igitsina gabo iyo abikozeho agahita yumva amukeneye. Ivyo bice ni: 1. Amabere Amabere y’umukobwa ni igice c’umubiri umugabo akoraho maze umukobwa agahita yumva ubushuhe burenze umubiri wiwe wose bigatuma yumva ashatse gukora imibonano mpuzabitsina ako kanya. 2. Ibibero Iyo umukobwa yemereye umuhungu ko amukora ku bibero aba yikozeho kuko akenshi ahita agira ubushake bwo gukora imibonano mpuzabitsina bivanye nuko ariko arakorwaho nigitsina gabo p> 3. Mu ntege Mu ntege naho ni hamwe mu bice vy’umubiri w’umugore bigira ubukirigitwe cane ku buryo iyo hari uwuhakoze umubiri wiwe wose ugira ubwitabire, bityo umubiri ukaba wohita ucika intege ukagira ubushake bwo gukora imibonano mpuzabitsina cane. 4. Mu mushatsi Gukora mu mushatsi y’umukobwa canke y’umugore bifasha cane umugabo kumwumvisha ico akeneye, imishatsi kandi ku bagore ibamwo ubushuhe burenze butuma botwarwa igihe cose umugabo arimwo kuyikoramwo kuburyo bashobora no gushiduka ivyiyunviro vyabo vyagiye kure bagahita bipfuza gushaka gukora imibonano mpuzabitsina. 5. Mu biganza Abantu b’ibitsina bitandukanye iyo bafatanye mu biganza umwanya munini bishobora gutuma umugore yumva ashatse gukora imibonano mpuzabitsina ariko bikaba akarusho iyo umugabo asa nk’ushimashima canke akorakora mu biganza vy’umugore, ubushuhe buhita bwihuta cane kuburyo bica intege umugore mu bijanye n’ubushake bw’imibonano mpuzabitsina. 6. Ku gitsina ( Vagina )  Iyo umugabo arinze akora ku gitsina c’umugore aba amufise neza kuburyo bitaba vyoroshe kumwirinda ngo batandukanane ataco bakoze. 7. Mu GutwiIyo ufashe ururimi canke se urutoki ukazaja urukoza mu gutwi kuwo murikumwe gahororo gahoro ushobora gushiduka yasinziriye kubera uburyohe aba yumva. Mu gihe umukobwa canke umugore yumva adakeneye gukora imibonano mpuzabitsina, nta bundi buryo yokoresha uretse kwirinda ko umugabo yamukoraho kuri biriya bice vyavuzwe haruguru, gusa nko kububatse mu gihe umugabo yipfuza gutegura umugore wiwe agomba kwifashisha cane biriya bice kuko vyomufasha kwinjiza umugore wiwe mu gikorwa co kurangura amabanga yabubatse .
uburyo bwo gushitura umukobwa, akagukunda gose ndetse ukigarurira umutima wiwe
Ibi abantu bamwe mushobora kumva ko bidashoboka, yamara bisabwa umenye ko mu gihe uhuye n’umukobwa ubwa mbere, uba ufise iminota itarenze itatu yo kumwereka ko ushoboye, naho iyo utanguye kumubwira ibintu bitunvikana ubwiwe ahita abona ko ataco umaze. Iyo umwemeje mu minota itatu ya mbere y’ikiganiro canyu bishobora gutuma aguha ayandi mahirwe yo kuzokongera kumubona canke se harigihe ashobora no kureka kuja muvyo yaragiyemwo kubera uza wamweje muminota 3 ko uri umusore ushoboye.  Nkuko musanzwe mubizi, hano kukinyamakuru ca mberec’abarundi mukunda ndetse gisomwa n’abarundi benshi gikorera muri Leta zunze ubumwe za America ” UBM News ” burigihe tugerageza kubazanira amakuru atandukanye, tutibagiye ayajanye n’urukundo , ubu rero murino nkuru dushaka kubigisha uburyo bwo gutereta umukobwa ukamutwara umutima mu gihe kitarenze iminota itatu. 1. ISUKU: Iminota itatu n’igihe gito cane kuburyo utemerewe kugira ikosa na rito ukora kiretse nimba uwo mukobwa utamukeneye! Rero ugomba kubanza ukitegura, ukambara neza impuzu ihanaguye, ukamugera imbere ufise isuku ntampwemu mbi mu kanwa zikuvamwo, ikirato wambaye bisabwa kibe gisa neza ndetse kizimvye, nimba uba hano muri America ndibaza urazi ibirato bigezweho nka ( Nike,Jordan, hamwe n’ibindi ). Iki rero n’ikintu gikomeye cane , nongere ndabisubiremwo kandi ugomba kugira isuku. Akenshi Iyo ubajije abakobwa uti:” iyo uravye umusore nikihe kintu ca mbere ubona kikwereka ko ari mwiza?” Bamwe bakubwira amaso, abandi inseko, yamara baba babesha kuko burya ikintu ca mbere gishitura abakobwa ni imyambarire ( ukuntu umuntu aba yamambaye ), Kandi burya umusore agomba guhorana isuku, niyo woba uri murugo wenyene ugomba kuba woze usa neza kuko burya ntiwomenya uwokugwaho, ikindi kintu tugomba kwemeranyaho nuko iyo umuntu yambaye neza afise isuku, asa neza, nawe ubwiwe bimwongerera icizere ( Confident ) ubwo rero iyo ufise isuku amasegonda 30 arahagije kugira ngo umukobwa atangure gukururwa n’uwo musore abonye azi kwiyitaho.  2. UKUNTU WITWARA: Ubushakashatsi bwagaragaje ko 87% bw’ivyo umuntu avuga bigaragazwa n’umubiri wiwe mu tumenyetso (Body language ), Uburyo rero ugenda ndetse n’ uburyo unyeganyegamwo, uburyo uzunguzamwo ibiganza, uburyo utwaramwo isura yawe, uburyo ugendagendamwo uja hirya ugaruka hino vyose bisabwa uvyitwwaremwo neza . Hari abasore baganiriza umukobwa bamwegereye cane amazuru ahakwa no gukoranaho kandi biba bishobora kumutera ubwoba canke isoni, Ibi vyose rero bishobora kukugaragaza uko utari kandi nta n’ijambo na rimwe uravuga. Hari ibintu bitatu bikomeye ugomba kwitaho cane icambere (1) Kumuvugisha umuraba mu maso nturabe ku ruhande canke hasi kandi ntuvuge ibintu bitagira umutwe n’amaguru, mu gihe uvuga kandi bisabwa wirinde kumuraba mu gituza (Ku mabere). Kuganiriza umukobwa umuraba mu maso bimwereka ko wifitiye icizere kandi ko umwitayeho. (2) Ugasohora ijwi neza ntuvuge umaramara canke ufite ikiniga ijwi ridasohoka, bisabwa uvuge ijwi ry’umusore ushitse kuko nugera imbere y’inkumi ugatangura kuvuga akajwi gato nk’akumukobwa canke k’umwana uzatuma aturika aguseke ivyari gutereta bihinduke ibitwenge. Sinkubwiye ngo uzovuge urujwi nk’urwa ( RAMBO ) ariko uzogerageze uvuge witonze ijwi risohoka neza, ( 3 ) kurenzamwo akantu gatwenza kandi ukamwereka ko wishimye bituma abonako uri umwana mwiza ntihagire ikibi agukekera.  3. IVYO UGOMBA KUVUGA: Ubu nokubwira ko, nimba ufise isuku, ukaba witwara neza n’ibimenyetso wabikosoye, 60% y’ibisabwa umaze kuvyuzuza mu gihe c’umunota umwe. Hasigaye iki rero, Ubwo hasigaye iminota ibiri yo gutereta umukobwa ukamutwara umutima wiwe wose ataco usigaje. Iminota ibiri isigaye kugira ngo uyikoreshe neza nuko wirinda bwa buryo busanzwe bwa nta kigenda bwo kuvugavuga no kumubaza ibintu bitagira umutwe n’amaguru . Ubu tugiye gukoresha ya karata bita ” jokeri ” niyo mahirwe ya nyuma igiye gudufasha kwigarurira umutima w’umukobwa ;; icambere mutwengere umuraba mu maso niwarangiza umuramutse umubwire uti:” Muraho! je nitwa…(Umubwire izina ryawe)”… Urindire gato ko akubwira izina ryiwe niwumva ataco avuze umubaze uti:”None se wewe witwa nde?” Maze azohita arikubwira kuko ntamukobwa yanka kuvuga izina ryiwe . Aha rero hakurikiraho igice gikomeye cane kigufasha kumushitura ukamutwara umutima, kuko ivyo ugomba kumubwira vyose ugomba kubimubwira umuvuga mw’izina, ugomba gusubiramwo izina ryiwe igihe cose bibaye ngombwa. akarorero nimba akubwiye ko yitwa Angel. Uragira ati:”Angel, eeh mbega akazina keza nkakabamarayika. Angel, biranshimishije kukumenya.” Ahasigaye ugahita ushaka akandi kantu keza womubwira kamwerekeyeho. Ushobora kumubwira uti:” Angel nukuri wambaye neza, waberewe, wambaye amahereni meza, ufise agashakoshi keza, utwenga neza, ufise amaso meza”, n’utundi tujambo twiza two kumuryosharyosha ariko icitonderwa ntugomba kubimubwira umubesha ahubwo ugomba gufata akanya gato ukamwitegereza ukaraba ikintu kidasanzwe yoba yambaye canke umubonako akaba arico umubwira.  Urangije rero ushaka akandi kantu womubwira nkakarorero ukavuga uti:”Urazi se Angel, ndakubonye mbona uri umukobwa utandukanye n’abandi mpita nshaka kuza kumva ijwi ryawe, niko kuza kukuvugisha none numvise ufise ijwi ryiza cane gose .” (Ukibuka kumubwira utwenga kandi umuraba mu maso), Ubwo igikurikiraho nukumubaza utubazo tworoshe dutandukanye uti:”Mbese Angel, waje gukora iki hano, waje kuraba nde, ese ugiye he, uvuye he, ukora hano?” Mbese umubaza ushaka kumenya impamvu ari aho muhuriye. Gusa uritonda cane ukirinda kubaza amenyo y’inkoko uraba umunwa ” Hari umusore waha muri America aherutse guhurira n’umukobwa mubugeni, arangije aramubaza ati ese hano waje mubiki ? Umukobwa yamusubizanye umujinya mwinshi ati : ariko wewe ntamaso ufise kuburyo utamenya icatuzanye hano ? kweli ibiguhu ntaho bibuze ! ubwo rero Nawe imbere yo kubaza ibibazo manza witonde , ntuhave umubaza ivyo ufitiye inyishu. Niyamara kugusubiza uzohite umubwira uti:”Ni vyiza Angel, biranshimishije kuganira nawe gusa vyorushaho twongeye kuvugana rero ndaguha nomero yanje nawe umpe iyawe noneho tuje twiganirira , nibiba ngombwa tuzokongere guhura tuganire bihagije” (Ukibuka gutwenga no kumuraba mu maso.) niyaguha i nomere yiwe mukuzandika uzozandike wishimye kugira bimwereke ko urumuntu wipfuza kuganira nawe, Ugomba kwishiramwo ko amahirwe yo kugira ngo akwemere ari 100%, kandi wibuke gukurikiza izi nama zose nguhaye, niwishinga ivyo gutwenga gusa no kwanika amenyo umukobwa azogukubita ikidobo umaramare,mubana hoho uzomaramara bimwe birenze ariko nukurikiza izi nama zose nanka kukubesha umukobwa azogukunda ndetse uzomwigarurira umutima wiwe wose.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibihuha ni vyinshi ku bagwaye ingwara ya coronavirus m’Uburundi
Kumbuga ngurukana bumenyi hariko haraca amakuru avuga ko m’Uburundi abagwayi bane boba bitavye Imana mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Bikavugwa kandi ko n’umukuru w’Inama nshingamateka nawene ari ku musego biturutse kur’iyo ngwara ya coronavirus yugarije isi yose.  Ayandi makuru nayo akavuga ko umupfasoni w’umukuru w’igihugu nawene yajanywe mu gihugu ca Kenya kwivuza iyo ngwara ibuza umuntu guhema harimwo n’ubushuhe. Abantu nabo bakaguma barungika ubutumwa ku mbuga ngurukana bumenyi bavuga imiti itandukanye yoshobora kuvura no gukinga iyo ngwara ya coronavirus. Ayo makuru rero akaba atarabeshuzwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu benshi bagiriza kutitaba kukamo baba batewe n’abagwayi bibonyeko ibimenyesto vya coronavirus. Inumero za telephone zatanzwe nyinshi zikaba zititaba. Ubwo bushikirangani bw’amagara y’abantu bukaba butaratanga inkuru zikwiye kurabo bagwayi bavugwa hamwe no kuriyo miti abantu bifashisha kugira bivure ingwara ya coronavirus.
Denise Nkurunziza yoba yajanwe muri Kenya kuvurwa Coronavirus
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba akandi yiteguriye gusohoka ku butegetsi, ariwe Denise Bucumi Nkurunziza, yajanwe mu gihugu ca Kenya inyuma yo kwandura umugera wa Coronavirus. Ibinyamakuru vya Kenya biremeza iyo nkuru ko Denise Nkurunziza yuriye indege ejo ku musi wa kane mwibanga ntangere ajanwe ku bitaro vyigenga biri muri kenya avurwe COVID-19. Ikinyamakuru kimwe kinavuga mbere ko nabakaozi bakorera ku kibuga c’indege ca Bujumbura batemerewe kwegera ku nyandiko za Bucumi Denise zo kuja muri Kenya.  Bikavurwa kandi ko yagiye ajanye n’aba garde-corps biwe batatu umwe muribo akaba yaranduye nawe uyo mugera wa Covid-19. Naho ayo makuru yagizwe ibanga ntangere, biraboneka ko ibinyamakuru vyo muri Kenya vyovyo vyaciye bibona icajanye Denise Bucumi mu gihugu ca Kenya ko ari ukwivuze Coronavirus. Umushiikiranganji Thadee Ndikumana naho yahakanye ko yagiye muri Kenya kwivuza Coronavirus ku wa 21 Rusama 2020, ibinyamakuru vya Kenya vyemeza ko yagiyeyo kwivuza Covid-19. Sources: 1. https://metropoltv.co.ke/2020/05/29/burundis-ex-first-lady-airlifted-to-kenya-after-contracting-covid-19/ 2. https://sonkonews.com/burundi-first-lady-airlifted-kenya-covid-19/ 3.https://citizentv.co.ke/news/burundi-first-lady-evacuated-to-kenya-after-contracting-covid-19-334094/
Abasenyeri bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020
Umugwi w’abasenyeri bo mu Burundi, CECAB, bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020.  CECAB ikabona ko naho amatora muri rusangi yabaye mu mutekano, hatabuze ibigenda nabi. CECAB iravuga ko hatabaye ugufata kumwe abakandida bahiganirwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu. “Turababajwe cane n’utunenge twinshi twabaye mu matora ku bijanye n’ubwigenge, umuco mu matora hamwe nukunganisha abahiganwe bose mu kubafata kumwe bitabaye”, niko Joachin Ntahondereye arongoye CECAB yamenyesheje. Ibindi abo basenyeri bavuga bitagenze neza mu matora ni uguhata abahagarariye amatora gusinya ku nzandiko za nyuma zivyavuye mu matora(proces verbaux, ugutora mu kibanza c’abapfuye hamwe n’impunzi hamwe no kuja gutorera abandi incuro nyinshi.  Ibindi umugwi w’abaseneyri uvuga ko bitagenze neza ni kuba hari abatora batoye incuro irenga imwe hamwe no kwirukana abari bahagarariye amatora bo mu mugambwe CNL nabandi hamwe no kubatera ubwoba bikozwe n’abategetsi batwara. Idini rya katolika mu Burundi rikaba ryari risanzwe rifitaniye umubano mubi na leta ya CNDD-FDD kuva mu matora yose yarenganye. Ubwo leta y’Uburundi iza kwishura gute kuri ibi birego vyashizwe ahabona na katolika?
#COVID-19: Umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye Coronavirus
Mu makuru ariko aca ku mbuga nguruakana bumenyi ataremezwa na leta y’Uburundi avuga ko umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye umugera wa Coronavirus. Mu makuru ashirwa ahabona n’ikinyamakuru SOS Media Burundi avuga ko umushikiramganji w’amagara y’Abantu, Thaddee Ndikumana, yoba yajanwe mu gihugu ca Kenya kugira avurwe mu buryo bwihuta kubera Coronavirus yoba yaranduye.  Aya makuru arahuye nayandi avugwa ko mu Burundi ubu hari abarwayi benshi ba Coronavirus naho leta y’Uburundi idashaka kubashira ahabona. Mu misi yahera harabaye iyirukanwa ry’abakozi bakorera Ishirahamwe ryitaho amagara y’Abantu mu Burundi,OMS, hakanavugwa ko hoba harabaye ukutabona kumwe kwa leta y’Uburundi ibijanye no kurwanya ikiza ca COVID-19 mu gihugu c’Uburundi. https://twitter.com/SOSMediasBDI/status/1265192155330547712?s=20 Abarundi baba mu gisagara ca Bujumbura na cane cane bobo barafise ubwoba cane kubera ico kiza bivugwa ko coba gikwiragiye mu bantu ariko kubera ibikoresho vyo gupima bidashika kuri bose ntibabimenye. Mu Burundi gushika ubu hamaze kwandura abantu COVID-19 bashika ku 42 mu barenga amajana atanu bamaze gupimwa mu gisagara ca Bujumbura gusa. Ariko rero , nta numwe mu Barundi baba mu gihugu hagati arigera apimwa umugera wa Coronavirus na cane abarundi baba ku mupaka uhana imbibe n’ibindi bihugu vyanduye cane nka Tanzania hamwe n’Uburundi.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibintu bidasanzwe wokorera umukunzi wawe bikamwereka ko umukunda vyukuri (Igice ca gatatu)
Nkuko twatangiye iyi nyigisho yacu ifite umutwe ugira uti :” Ibintu wakora kugirango ugaragarize uwo mwashakanye ko umukunda by’ukuri “ Mbere tuakaba twarabagejejeho ibice bibiri by’iyi nyigisho ,ubu tukaba tugiye gukomeza tugaruka ku gice cya gatatu cyayo . Muri iki gice cya gatatu turakomeza tureba ibindi bintu bituma abashakanye banezezanya kugira ngo urukundo rwabo rusangambe. Ni ngombwa ko bagira igihe cyihariye bari hamwe kuko buri wese akeneye ko abona undi amwitayeho amutega amatwi, kaba nabyise icyo umuntu yita “Guha uwo mwashakanye umwanya mwiza wihariye”. Guha uwo mwashakanye Umwanya mwiza wihariye bishaka kuvuga ko ugomba kugena igihe ukitarura ibintu byose n’ukuvuga utarangarijye mu kureba amafirime,umupira ,imiziki kuri Television,gufata umwanya wawe munini uri murugo wibereye kuri Machine (Raptop),kuri Telephone no mu bindi bishobora kurangaza umuntu. Ukwiriye gusobanukirwa ko igihe uri kuganira na mugenzi wawe warangajwe n’ibi twavuze haruguru mu ganira usa n’udahari kuko ubwenge n’ibitekerezo byawe biba byamaze gutwarwa n’ibyo uri kubona maze ibi bigatuma utabasha gusabana mu kiganiro n’uwo mwashakanye ari nayo mpamvu usabwa ko igihe ushaka gufata umwanya w’umwihariko wo kuganira nuwo mwashakanye ukwiye kwitarura ibi byose ,ukaba wamusohokana ahantu hatuje cyangwa mu kaganira ibi byose bizimije kugirango mubone uko murebana akajisho kur’urukundo uha mugenzi wawe. Bishaka kuvuga ko muzafata igihe cyo gutembera mugenda n’amaguru kandi muri babiri gusa cyangwa kujya kurira hanze muri Restaurant bijya kumera nk’iby’abantu bari muri Fiancaille ariko biratandukanye ku bashakanye kuko Abafiance buri umwe ashobora kuba afitiye undi isoni . Mu gihe mu bashakanye bo baba baganira bafite byinshi bunguranaho ibitekerezo ndetse rimwe na rimwe ubabonye aho akagira ngo intego yabo niyo gufata amafunguro ariko kuribo intego ntaba ariyo ahubwo aba ari ukugirango bahindure uruganiriro. Burya iyo umugabo yicaranye n’ umugore akamuha iminota 45 cyangwa isaha amwitayeho ari kumwumva bigira umumaro ukomeye kuko muri iyo minota niho mubasha kuvuganira ukuri kose ndetse mu kanaganira kw’iterambere ry’urugo rwanyu bityo abashakanye bakwiye kwiha intego yo kujya bafata umwanya bakaganira bituma urugo rwabo rukomera kandi rukazira amakimbirane kuko byose biba byacocewe mu ruganiriro. Ikindi umuti umwe ntabwo ushobora kuvura uburwayi bwose niyo mpamvu habaho imiti inyuranye cyangwa se ikaba imiti ivanze bakuye mu miti itandukanye. Akaba ari yo mpamvu njya gutangira icyigisho cya mbere nabaje kukubaza ibibazo bibiri nti”1. Mbese waba uzi ibikorwa by’urukundo uwo mwashakanye yagukorera bigatuma urushaho kumukunda ? 2. Mbese waba uzi ibikorwa by’urukundo wakorera uwo mwashakanye bigatuma anezerwa, akumva ko umukunda? Ikiryoshya urukundo n’uguha uwo mwashakanye igihe cyihariye ukamwumva umuhanze amaso kandi umutima wawe ndetse n’ibitekerezo biri kuri we kandi bakaba bari ahantu hatari ibirangaza. Nk’urugero mu gihe umupapa yicaye hasi muri salon ( kuri floor) basunika agapira n’ umwana w’ imyaka 2 ibitekerezo bye ntabwo biba biri ku umupira ahubwo biba biri kuri uwo mwana ariko mu gihe uwo mu papa yaba ari gusunika ako gapira abifatanya no kuvugira kuri Telephone icyo gihe ibitekerezo bye ntabwo biba biri kuri uwo mwana. Abagabo bamwe n’abagore babo bibwira ko bakoresha Igihe cyabo hamwe kuko baba mu inzu imwe, mu mwanya umwe ,mu masaha amwe ariko ntabwo baba bari kumwe kuko birasohobka ko waba ubana n’umuntu mu nzu ariko ukamwima umwanya kandi wowe utabizi kuko buri gihe iyo ashatse ko mu ganira uba ufite ibindi wibereyemo . Iyo umugabo ari kwandikira umugore ubutumwa bugufi (message) cyangwa kuvugana kuri Telephone ntabwo aba ari kumuha igihe cy’ ubuzima kuko aba atari gukoresha ubwenge kandi n ’ibitekerezo bye ntibiba biri kuri we. Gutanga umwanya wihariye kuwo mwashakanye ntabwo bivuga kuba muri hamwe mu koresha igihe cyanyu murebana mu maso gusa ahubwo ni ugukorera ikintu hamwe kandi ku buryo buri wese ibitekerezo bye biri kuwundi ntakindi kiri ku murangaza. Mu gihe umugabo n’ umugore bari gukinana Tennis, byerekana guhana Igihe kuri buri wese ntabwo biba ari ugushyira ibitekerezo kuri uwo mukino ahubwo biba biri ku gikorwa cyo gusangira igihe cyawe na mugenzi wawe. Ibyo kandi bigakurikirwa n’ibiganiro (communication) yerekana ko buri wese ari kwita kuri mugenzi we, kuko bose baba bari kunezererwa ko buri wese ari kumwe n’undi, kandi bose basa nkaho bari gukora ibintu bimwe. Iyo uwo mwashakanye anezezwa no ku muha umwanya wihariye bizagusaba nabwo kumenya uburyo muganira kuko akenshi bisaba ku mutega amatwi kandi ukamwereka ko uri kumva amarangamutima ye. Ndagirango muri iyi nyigisho nzaguhe ibintu bigera ku icumi bizagufasha muri icyo gihe. 1: Bizagusaba kumureba mu gihe ari kukuvugisha, ibitekerezo byawe ugomba kubiganisha kuri we. 2. Ntugashake kumva ibyo uwo mwashakanye ari kukubwira uri kwikorera ibindi: Iyo uri gukora ibindi ntushobora kuvana ibitekerezo byawe kuribyo ako kanya bizagusaba ku mu bwiza ukuri, ukamubwira uti: nibyo ndabona ko ushaka kuvugana najye ndabyishimiye ariko ndashaka kukumva neza. Kubera ibyo ntabwo nabikora kano kanya ariko ubaye ushobora kumpa iminota15 nkabirangiza. Ndaza kwicara hasi nkumve. Bamwe barabyubahiriza nta kibazo. 3.Genzura uko yitwara ari ku kubwira: hari igihe aba ari gukubita mu biganza bye, ari kurira, ugomba gukurikirana movement ari kuguha biza gufasha kumenya uko amerewe (feeling). Izindi nama nakugira igihe uzaba umaze kumenya ko uwo mwashakanye akunda guhabwa umwanya wihariye bizagusaba nabwo ibi bikurikirana:  Kujyana nawe gutembera mugenda n’ amaguru hafi yaho mutuye. .-Niba mutuye mu mujyi mushobora kujya gutembera muri city Park mushobora nabwo kujya ahantu hari rose garden mu kajya muvugana kumabara yayo ,ayo akunda ni impamvu yabyo. 4. Ushobora kubwira uwo mwashakanye ku kwandikira ibintu bigera kuri bingahe bikunda ku munezaza. Maze wihe intego yo kujya byibura ukora kimwe buri kwezi ku mezi atanu akurikirana. . Ugomba gutekereza ibintu mugenzi wawe bimunezeza kurushaho niyo kuri wowe byaba bitakunezeza cyane. Umubwire ko ushaka ko buri rimwe mu kwezi ushaka kuzajya ujyana nawe. Imana Ihe urugo rwanyu umugisha. Iri jambo muritegurirwa kandi mukarigezwaho na Rev./Ev. Eustache Nibintije, Umunyeshuri wa Patriots Bible University yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Tel: +14128718098 Email: estachenib@yahoo.com
Ibintu bidasanzwe wokorera umukunzi wawe bikamwereka ko umukunda vyukuri (Igice ca kabiri)
Mu gice cya mbere cy’iyi nkuru isobanura ibintu wakora mu kugaragariza uwo mwashakanye ko umukunda nyabyo, twari twagarutse ku mbaraga z’amagambo yo gushima mu kubaka urukundo rw’abashakanye. (SOMA IGICE CYA MBERE HANO: Ibintu wakora mu kugaragariza uwo mwashakanye ko umukunda nyabyo (Igice cya mbere). Muri iki gice cya kabiri turareba izindi ngingo za ngombwa mu kubaka urukundo n’imibanire myiza hagati y’abashakanye. Uretse amagambo yo gushimira hagati y’abashakanye, ikindi cy’ingenzi ku bashakanye ni ukuvuga amagambo meza kandi ukanamenya kuyavuga mu buryo bwiza, ukagenzura uririmi rwawe mu gihe ubwira uwo mwashakanye kuko abashakanye ari ngombwa kuvugana amagambo yuzuye urukundo, ari nayo mpamvu ubanza kugenzura amagambo ugiye kubwira mugenzi wawe kandi n’uburyo ugomba gukoresha mu kuyamubwira ukabwitondera kuko akenshi iyo utabyitondeye bishobora kugabanya ikigero cy’urukundo uwo mwashakanye agukunda cyangwa se bikagusenyera. Burya hari amagambo amwe ariko asobanurwa mu buryo butandukanye bitewe n’uburyo uyavuzemo. Urugero uvuze ngo Ndagukunda undi akavuga ngo Ndakwikundira, bijya gusobanura kimwe ariko ubibwirwa abona ko kimwe kirimo akarusho. Ikindi kandi amagambo avuzwe mu ijwi ryo hejuru cyangwa se amagambo agaya ntabwo agaragaza urukundo ahubwo aba yerekana kumucira urubanza cyangwa kumwereka ko yaciye inka amabere. Uburyo uvuga ubwira umugabo wawe cyangwa umugore wawe biba ari ngenzi cyane. Bibliya itubwira ko “amagambo yoroheje yegizayo uburakari”. Mu gihe umugabo wawe cyangwa umugore wawe yarakaye cyangwa afite ibyamutesheje umutwe (stress), ntukamwongerere umuriro ahubwo mubwize ijwi ryoroheje. Kandi niba hari icyo wakoze kibi kuri we, biragusaba kumusaba imbabazi kandi ukabyihana ubwawe ukanatera intambwe yo kumwegera ukamusaba imbabazi utitaye ku cyubahiro cyawe kuko ikiba kigamijwe ni ukurangiza icyo kibazo ntabwo ari ukwerekana uko wowe ubibona. Ibyo nibyo byerekana gukura mu rukundo. Urukundo ntabwo rugarura amakosa yashize kuko nta n’umwe umeze nka malayika. Muri buzima bw’abashakanye ntabwo igihe cyose dukora ibintu neza cyangwa mu buryo bwiza, ntabwo dushobora gusiba ibyashize ahubwo kimwe dushobora gukora ni ukwihana kandi tukemera ko atari byiza tugahanga amaso iby’ahazaza. Dushobora gusaba imbabazi kandi tukagerageza gukora ibitandukanye n’ibyashize mu gihe kiri imbere. Iyo umwe ahisemo ubutabera (Justice) kandi agashaka ko yisyhurwa ibyo yakorewe urukundo ruba rubaye ikidashoboka. Iyo umwe ahisemo kubabarira mugenzi we, urukundo rurakomeza kandi rukongera rukabyuka. “Kubabarira niyo nzira urukundo runyuramo”. Hari imvugo cyangwa intekerezo zigaragaza uko kutihangana no kutababarira, izo zikaba zisenya urugo mu buryo bworoshye. Muri izo twavugamo: ”Siniyumvisha ukuntu wabikoze, ndumva ntazabyibagirwa, ntushobora kumva uko wambabaje, Sinshobora gukomeza kubana nawe nibikomeza gutya; N’iyo wampfukamira gute sinzi ko nshobora kukubabarira…” Ayo magambo yose ntabwo ari amagambo y’urukundo, ikintu cy’ingenzi kandi cyiza ni ukureka ibyo byakubabaje bibi bikaba amateka. Nibyo byarabaye kandi byarakubabaje kandi biracyakubabaza ariko icy’ingenzi ni ukubisabira imbabazi kandi ugatanga izo mbabazi. Nk’uko nabivuze haruguru ntushobora gusiba ibyashize ariko ushobora kubyemera nk’amateka ntukomeze kubyubakiraho. Dukeneye guhitamo kubaho uyu munsi tubohotse kubyo twakoze ejo hashize. Kubabarira ntabwo ari uko wiyumvamo cyangwa umerewe ahubwo KUBABARIRA nicyo usabwa gukora nk’uko ijambo ry’Imana ribivuga. Ni uguhitamo kwerekana impuhwe ntabwo ari ukugumana ibyo wakorewe ubikoresha mu guhangana n’uwabigukorereye. Kubabarira ni uburyo bwo kwerekana urukundo ugira uti: (Ndagukunda , I love you, Je t’ aime, Nakupenda.) bishaka kuvuga ngo “Nkwitayeho kandi mpisemo kukubabarira, ntabwo nzongera kwemera ko bigaruka kuri twe, ndizera ko ibi bitubayeho tuzabyigiraho, ntabwo waciye inka amabere kubera biriya byatubayeho. Uri umutware wanjye cyangwa se uri umufasha wanjye kandi twese tugiye gukora urugendo rushya duhereye hano” Iri jambo muritegurirwa kandi mukarigezwaho na Rev./Ev. Eustache Nibintije, Umunyeshuri wa Patriots Bible University yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Tel: +14128718098Email: estachenib@yahoo.com
Ibintu bidasanzwe wokorera umukunzi wawe bikamwereka ko umukunda vyukuri (Igice ca mbere )
Muri Bibiliya, mu gitabo cy’Imigani mu gice cya 18 ku murongo wa 22, hasobanura neza uburyo umugabo ubonye umugore mwiza aba agize umugisha utangaje agabiwe n’Imana ishobora byose. Hagira hati “Ubonye umugore mwiza aba abonye umugisha ahawe n’Uwiteka.”  Ijambo ry’Imana rimaze kutubwira ko ubonye umugore mwiza (uwo mwashanye mwiza) uba ubonye umugisha uhawe n’Imana. Ndashaka kubanza kuvuga kuri ririya jambo rivuga ngo “Uba ubonye umugisha uhawe n’Imana”. Nkunze kubwira abakristo ko kubona umugisha atari cyo gitangaza ko ahubwo igitangaza ari “icyo uza gukoresha uwo mugisha uhawe” cyangwa uko uzafata neza uwo mugisha wahawe. Abantu benshi bumva ko iyo uhawe umugisha biba birangiye ariko si ko bimeze kuko ugomba kumenya uko ufata neza uwo mugisha bitaba ibyo wa mugisha ukaba wakuviramo guhangayika. Niyo mpamvu uba ukwiriye kwegera Imana ukanayisaba ubwenge bwo gukoresha kugira ngo uwo mugisha utaguhindukira ibindi. Uyu munsi nk’uko bamwe mwabisabye tugiye gutangirana urugendo rwo kureba uko wafata neza uwo mugisha. Ndakwizeza ko nuramuka ukurikiranye iyi nama neza bizaguhindura ubuzima bwawe ndetse n’ imico yawe mu rugo rwawe. Ndabikubwira, kubera ko aho ntangiriye kwiga iyi program ( Christian Counseling) byahinduye ubuzima bwanjye ndetse n’ imico yanjye. Reka ntagire nkubaza ibi bibazo: 1. Mbese waba uzi ibikorwa by’urukundo uwo mwashakanye yagukorera bigatuma urushaho kumukunda ? 2. Mbese waba uzi ibikorwa by’urukundo wakorera uwo mwashakanye bigatuma anezerwa, akumva ko umukunda? Abantu bashakanye (umugabo n’umugore) bashobora kuba babanye neza kandi bakundanye ariko bakaba batazi uburyo bashobora kwerekana urukundo umwe akunda mugenzi we mu buryo bwiza. Muri iki gice cya mbere cy’inyigisho yerekana ibintu by’ibanze by’uburyo bwo kugaragariza uwo mwashakanye urukundo, turibanda ku ngingo ijyanye n’imbagara z’amagambo yo gushima hagati y’abakundanye. IMBARAGA Z’AMAGAMBO YO GUSHIMA MU KUBAKA URUKUNDO RW’ABASHAKANYE Ni ngombwa gukoresha amagambo yo gushima umugore wawe cyangwa se umugabo wawe. Ushobora kuba uyakoresha ariko ukayakoresha mu buryo busanzwe ariko si ko bimeze hari ubundi buryo ukoresha bujyane n’ amarangamutima yo mu buryo bw’ urukundo. Imigani 18:20, 21 hagira hati: “Ururimi rwiza ni rwo ruhaza inda y’umuntu, Kandi amagambo meza yunguka ni yo amuhesha guhaga. Ururimi ni rwo rwica kandi ni rwo rukiza, Abarukunda bazatungwa n’icyo ruzana.” Mu nzira yo kwerekana amarangamutima ni ugukoresha amagambo yubaka atari amagambo asenya. Salomon wanditse igitabo cyuzuyemo ubwenge bwinshi yanditse avuga ko “ururimi rufite imbaraga zitanga ubuzima cyangwa urupfu”. Iyo witegereje mu bantu bashakanye cyangwa abitegura kurushinga, usanga bamwe batarize ibijyanye n’izo mbaraga zitanga ubuzima cyangwa zikica, ziboneka mu magambo yo gushima umwe ku wundi. Gushima bifite imbaraga nyinshi mu bwumvikane hagati y’umugabo n’umugore. Hari amagambo agezweho kandi afite imbaraga mu gushima. Urugero nko kumushima ko yambaye neza kandi ko yaberewe, kumwereka ko wanezerewe uburyo yagufashije kurangiza inshingano zawe, (urugero yagutwaye ku kazi kandi wari usanzwe utega bus), kugufasha uturimo two mu rugo, ndetse ushobora kumushimira ko yanarangije inshingano afite murugo, nko kurihaa inzu niba mukodesha, kwishyura umuriro se niba muwufite munzu yanyu, kumushima ko yatetse neza, ko mu nzu hatunganyije neza (urugero nko muri salon cyangwa mu gitanda), ko abana bafite isuku, n’ibindi byinshi. Usanzwe intego y’urukundo ntabwo ari ukubona ibintu ushaka, ahubwo nI uburyo ukora ikintu mu buryo bwiza ku muntu ukunda. Niyo mpamvu iyo wakiriye Amagambo meza yo gushima bikongerera imbaraga zo gukora ibindi bikorwa ku wo mwashakanye. Kwongerera mugenzi wawe intege abenshi birabagora cyane kandi ari ikintu cy’ingenzi ku bashakanye. Ntabwo ari amagambo yo kumushima gusa, ugomba no kumubwira amagambo amwongerera ibitekerezo mu mirimo akora kuko bituma agira umurava mu akazi akora ka buri munsi atari ukumuca intege cyangwa kumuhatira ibyo wowe ushaka ko akora. Ahangaha usanga abenshi bakoresha amagambo yo kunenga cyangwa amagambo yerekana ko mugenzi we ari we nyirabayazana iyo ibintu bitagenze neza. Ntangira nakubwiye ko ushobora kuba ubikora ariko ukaba ubikora mu buryo busanzwe atari mu buryo bwo kumugaragariza amarangamutima y’urukundo umufitiye. Iri jambo muritegurirwa kandi mukarigezwaho na Rev./Ev. Eustache Nibintije, Umunyeshuri wa Patriots Bible University yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Tel: +14128718098Email: estachenib@yahoo.com
Kutabona ubutinyanka bwawe igihe kirekire yoba ari ingwara ?
Kutaja mu butinyanka biratesha umutwe, cane cane iyo uziko ata mabanga mpuzabitsina wakoze kugira hoho wiyumvire ko woba wasamye. Turashobora kuvuga ko kutaja mu butinyanaka biba ikibazo iyo haheze amezi arenga 3 utarabona ubutinyanka bwawe. Kubwa Muganga yanonosoye kuvura ingwara z’abakenyezi Minani Pierre Gerard, iyo ngorane ubwayo singwara. Ni ikimenyesto c’izindi ngwara. Turetse abakenyezi bakuze baciye imvyaro, umugore akiri muto ica mbere kimubuza kuja mu butinyanka n’uko aba yasamye, bitabaye ivyo rero biba ari ikimenyetso c’izindi ngwara. Nk’ubu nk’akarorero nk’umukobwa yagwaye igituntu co mu gitereko birashika igitereko kikononekara naho inkabuzo ziba zikwiye ntaje mu butinyanka. Igitereko kirafise ubwakiriro aho rero hubwakirro birashika  iyo wagwaye igituntu canke bilaliziyoze canke iyindi ngwara isinzikaza bikonona igitereko cawe. Ikindi kiri mu bituma umukenyezi ataja mu butinyanka ni igihe iyo umugore yakoroye inda canke akavyara akava amaraso menshi bakamukoropa cane igitereko ciwe kimererwa nabi, ivyo rero biratuma umukobwa atabona ubutinyanka ukwo ukwezi guheze. Hari n’igihe umukenyezi amara nimyaka nk’ine canke itanu ataja mu butinyanka. Biranagoye no kuvura n’uko ubu bisigaye bisa n’ivyaheze batakibigirira abakenyezi bibarutse. Umugore agandaye, ababaye yabuze umuntu nawe nyene arashobora kubura ubutinyanka bwiwe. Abakenyezi bonze, abagira ikarashishi nyinshi cane birabashikira, mugabo bagabanije bigasubira bikaja ku murongo. Hariho n’izindi ngwara z’abakenyezi zifata udusaho tw’imbuto, ivyo barabivukana aho usanga abo bakenyezi muribo bafise inkabuzo zo kugwara ingwara y’igisukari abo rero baronka ubutinyanka butandukanye gose, amaraso akayabona haheze nk’amezi atandatu aje naho akamara nk’idwi zitatu. Ni ingwara ibabaza, barabivukana ntibavyandura ni mvukanwa. Muganga rero arabandanya ati hambavu y’ivyo rero, hari n’izindi ngwara zituma umukenyezi ataja mu butinyanka biva kugwara akenshi ziva ku nkabuzo zo mu mutwe, hari n’igihe rero tutaronka insiguro nyayo vy’ukuri tutaba tubona neza ico vyavuyeko. Umukenyezi yitura Muganga ryari? Ubutinyanka ni nk’umuzingi uguma uzunguruka uva ku bintu vyinshi, ku nkabuzo zo mumutwe, zo kudusaho tw’imbuto, n’ibindi. Ica mbere n’uko namba wahora ubona umuzingi wawe ukora neza ukaba waja mu butinyanka neza ukabona uransimvye uraja kwa muganga ukaraba ko atari imbanyi, ica kabiri hari abakenyezi uwo muzingi urenga mugabo biza buri mezi abiri naho nyene ni sawa mu gihe biza ku gihe. Abandi baba bafise umuziringi uhindagurika usanga biva ku kabonge canke imyitwarariko ashitse kwa muganga baraheza bakabarungika kuri barya baba barize ivy’inyifato. Ni ibisazwe hari igihe vyiheza wa muzingi ugasubira ukaja ku murongo, uko bigenda kwose ni ngombwa ko umukenyezi aja kwa muganga. Umuntu afise iyo ngorane arasama? Umuntu ataja mu butinyanka nta wa munsi twovuga urubuto rw’umugabo ruhura n’urwumugore uheza ngo uboneke mu yandi majambo ntavyo twita “Ovulation” biba. Keshi umuzingi umara hafi ukwezi n’iminsi 28 hanyuma ubutinyanka bukamara hagati y’iminsi 3 n’iminsi 6 iyugiye munsi canke ukarenza ni ingorane haraheza rero hakaba ico twita “ovulation” hagati y’uyo muzingi barya baja mu butinyanka rimwe mu mwaka biragoye ko bagira ico bita “ovulation”. Si ukuvuga ko batazovyara mugabo biragora no guharura aho yosamira. “Abakanyezi rero basazwe babona amaraso bisanzwe, umuzingi wabo uzunguruka neza, hanyuma akabona bukwi na bukwi birahagaze uwo araza kwa muganga tugaheza tukaraba ico vyavuyeko muga rero hari n’abandi rero baba baravutse bameze gutyo  ugasanga uhereye mu buto bwabo babona amaraso gake abo rero nabo baragoye kuvura, barashobora gusama muga batevye canke naho bakabafasha mu kubaha inkabuzo zituma haba ovulation agaheza agasama.”, uko niko Muganga MINANI Pierre Gerard yanonosoye kuvura ingwara z’abakenyezi abishikiriza. Barabivura bigakira? Nk’uko twabibonye biravana nico biba vyavuyeko. Kubwa Muganga Minani, aho bidashoboka ko bavura ni igihe umukenyezi aba yavutse adafise igitereko kuko nayo nyene ni iyindi ngorane ituma umukobwa atabona ubutinyanka. Aho rero bimeze gutyo  ngo ntawukosora Imana. Muganga aranginza atera akamo abakenyezi ko mu kwirinda iyo ngorane ko ari kugira ubuzima bwiza umuntu agafungura neza akagira ikarashishi, ukinonora imitsi mugabo ntiwibabaze. Ikindi nuko iyo ngorane abakenyezi batoyifata minenerwe, umukenyezi ataja mu butinyanka ni ukuvuga ko ata “Ovulation” ib. Umukeyezi abonye bimushikiye bitahora bimushikira yonyarukira kwa muganga bakamurabira icabitumye gutyo ingorane igahera.
Ngizi hano Position 4 zidasanzwe zogufasha gushimisha umukunzi wawe (+18 )
Mu gihe mu makuru yacu aheruka twababwiye uko wokora igikorwa mu kinyamazuri bita cunniling canke cunni, aho ari ukwonka canke ugufyeta igihimba c’irondoka c’umugore mu ntumbero yo kumuryohera. Uno musi tugaruka kuri zimwe muri Position zobafasha kurangura neza ico gikorwa.  Izo position zimwe ni nk’izo : – Umugore ashobora kuba agaramye, amaguru apfunyije canke yaguye. Umugabo canke uwo bagira barangurane iryo banga nawe aba afukamye, umutwe uri mu maguru. Iyo ni Position abantu Bose basanzwe bakoresha. –  Position 69 : Iyo umugabo n’umugore baba bari muzungu wa ine, umwe wese aba afise umutwe wiwe uri mu maguru ya mugenziwe. Muri ico gihe uburyohe buraheza bugasangirwa kuko ic’umwe aba ariko akorera uwundi n’uwundi Nico aba ariko aramukorera. – Umugore ashobora kandi kuba yicaye hejuru y’isura y’umugabo, aho naho rero hakaba hashobora kuba ukwinjira kw’ururimi mu gihimba c’irondoka, mu kinyamazuru bita Pénétration  Linguale. –  Umugore ashobora kuba kandi kuba ahagaze, umugabo nawe afukamye. Iyi ariko ntiyoroshe, eka n’ugushikira igihimba bits rugongo canke Clitoris ntibiheza ngo vyorohere umugabo. Isuku Isuku rikwiye ni ngombwa mu gihe muriko mushaka kurangura iryo banga, nimba mwumva mutizeye isuku mufise ni vyiza kugenda mukiyuhagira. Haraho ariko rero umugabo abandanya yumva ko akamoto Atari Keza naho umugore aba yoze, ni vyiza ko umugore yoca aba umugabo ko yokoresha yabigenewe -Lubrifiant – . Mu gihe c’ubutinyanka, c’uburumbuke birakunda ko Cunni gikorwa, kiretse mu gihe uba ufise umugera wa SIDA. Ariko hari abagabo bamwe bashobora kwumva ko bashishwe kubera ukubona amaraso, kandi n’ukubatahura. Aho rero umwe wese aca akora Ico ashoboye. Ingwara Naho SIDA yandurwa game biciye muri ico gikorwa c’ugufyeta igihimba c’irondoka c’umugore, izindi ngwara zozo ntizokugera umutwe. Muri Ico gihe agakingirizo ntaco kogufasha, inzira imwe yo nyene ihari n’ukwihangana mu gihe wanduye.
Abakobwa bose mukwiye kumenya bino bintu hataragera aho mwicuza ngo ntimwamenye...
Ikosa abakobwa benshi bakora rikabatera kwicuza cane ni ukwemera kuryamana n’umusore bataramenya neza uwariwe.  Kuba umusore naka yakwipfuza ko muryamana, ivyo bitandukanye ko yoba agukunda canke atagukunda, bityo rero gupimira cangwa kwemera kuryamana nawe bisabwa ko ubanza kwitonda. Burya rero, Mukobwa….Waruziko incuro nyinshi , iyo wishoye mu mibonano mpuzabitsina , akenshi aba ari wewe uri mu gice c’uri buhombe? ese urabona umusore atwara inda?  ese urabona umusore wirirwa mu butegetsi arega umukobwa uri kumwihakana (Bibaho ariko gake cane). Uzatwara inda, imipango yawe y’ubuzima ihinduke. Amashuri yawe uzoyaheba ndetse uvyare n’umwana umurere ariko ntibizakubuza kubabazwa no kumurera utabana nase. Mu kuraba umukobwa, abasore akenshi ntibita kuraba nimba umukobwa azogira imbere heza canke akazoza keza ahubwo bita cane kubuzima bwiwe yabayemwo. Nimba uri umukobwa ushaka kugira agaciro mu maso y’abasore, kuko abasore bubu bakunda umukobwa yiyubaha kandi yiha agaciro.
Uburyo  (4) bwiza  bwo gusaba urukundo umukobwa wumurundi hamwe...
Gutereta canke gusaba urukundo abasore babikora mu buryo butandukanye, gusa buri buryo bugira ingaruka zishobora kuvamwo no kurwimwa akenshi.
Ubu ni bumwe mu buryo bune bwiza bwo gutereta umukobwa hamwe n’ingaruka zabwo. 1. Kubwira umukobwa ko umukunda ku munsi wa mbere ukimumenya. Hari abasore babukoresha cane, nkakarorero agahurira n’umukobwa muri taxi canke mubikorane agahita amusaba urukundo. Iciza c’ubu buryo nuko iyo urukundo barukwimye bitakubabaza cane kuko uba umeze nkuwariko aragerageza.
Kenshi rero iyo ugiye gutereta umukobwa murubwo buryo nuko urukundo utaruronka niyo ururose nihamwe uzosanga mutazomarana imisi myishi bivanye nuko utabanje gutohoza ingeso zuwo mukobwa. 2. Kubanza ukimenyereza umukobwa ukamwigiraho incuti mbere yo kumusaba urukundo. Ubu buryo nibwiza bwongera amahirwe yo guhabwa urukundo kuko umukobwa aba amaze kukumenya. Ikibi cabwo nuko muri ca gihe uri kumwimenyereza hashobora kuza uwundi muhungu atazevye agasaba urukundo uwo mukobwa ikoresheje uburyo bwa 1, igahita imugutwara wewe ukiri muri vyabindi vyokugira umugenzi umukobwa. Ikindi kibi nuko iyo barukwimye birakubabaza cane bikaba vyanakuviramwo ingaruka yo kutazongera gukunda kuko muri kwa kwiyegereza umukobwa bituma umukunda cane akakujamwo, kumwikuramwo bikaba ikibazo. Kandi ku mukobwa we si kenshi biba ko ahita agukundira ivyo, ahubwo akugira incuti isanzwe cangwa ikomeye ariko ivy’urukundo wewe wishyizemo nyene atabirimwo. 3. Kumutumaho umuntu baziranye akaba ariwe umubwira ko wamukunze. Ubu buryo bworohera umuhungu ubukoresheje kuko umutwaro ntawikorera ngo awigereze aho uja. uwatumwe ajana ubutumwa neza ndetse agashiramwo nutundi tujambo twishi tunezereza abakobwa aho hose nukugirango ngo umukobwa niyunva ko wamukunze nawe azoce ahita agukunda. Gusa  rero ikibazo kihari canke Ivyago vyinshi nuko ushobora gutuma umuntu akaba nawe yarasanzwe afite uwo mupango wokuja gutereta uwomukobwa, Mugihe utumye umuntu nkuwo kandi nawe yarasanzwearondera uwo mukobwa, nuko amaze gushikayo aza kuvuga ibintu vyinshi vyububeshi bikugaragaza nabi imbere yuwo mukobwa, nkakarorero akavuga ko urwaye IBIFUKUNYI canke akavuga ko ufise ibindi bibazo kanaka ubwo nivyiza kwishikira kumukobwa ukamwibwirira ko umukunda. Ikindi kandi abakobwa benshi ngo ntibakunda amabwire mu rukundo, baba bashaka kwiyumvira ako kajambo keza gaturutse mu kanwa k’umuhungu ukavuga, Ubwo rero iyo utumye ugaragara nkumuntu udafite ijambo. 4. Gukoresha ibikorwa vy’urukundo. Kwereka umukobwa ko umukunda ukoresheje ibintu umurungikira, kumutembereza, kumutemberera cane, kumufasha muri vyinshi, gukunda kumuraba ukamwenyura cangwa ukamwicira akajisho n’ibindi bikorwa vyereka umuntu ko umukunda, bishobora kuguha amahirwe menshi kurusha buriya buryo butatu bwa mbere. Ikibi c’ubu buryo nuko butoroshe kandi busaba igihe kinini ariko kuko uba ukeneye urukundo ntakundi nyene uragerageza uko ushoboye kugira urabe ko wahabwa urukundo.
Ubandanye utemberera UBMNews kuko mukanya turashiraho ibintu 5 uri umuhungu wakora bigatuma ukundwa nabakobwa benshi ? Posted by Eric Nyandwi
Niwamenya bino bintu 6 uzokwamana umunezero nuwo mukundanye ” soma wunve
Muri iyi myaka turimwo, usanga abatari bake bibaza koko namba urukundo rw’ukuri rukibaho, namba umuntu akwiye kuvyemera ko yokundwa vy’ukuri. Abenshi usanga bavuga ko yaba indyarya n’abavuga ukuri, bose bigorana kubatandukanya. N’ubwo gutandukanya uwugukunda n’uwukubesha bigorana, hariho bimwe mu bimenyetso abahinga bavuga ko vyokwereka umuntu ugukunda vy’ukuri : 1. Urukundo nyarwo rutangirwa ubuntu Mu buzima bwa minsi yose, hariho ibintu ngirakamaro ku buzima duherebwa ubuntu, ata kiguzi, ivyo ni nk’ibintu umuntu akeneye kugira abeho. Duhereye ku mwuka duhumeka, tuwuronkera ubuntu, amazi (ay’imvura nk’akarorero) nayo tuyaherebwa ubuntu, itiro no gukanguka tubiherebwa ubuntu, izuba naryo nyene kuri iyi si ntaworonka amafaranga yo kubiriha. Urukundo nk’iremezo y’ubuzima narwo kururonka no kuruhabwa nta kiguzi cari gikwiye gusabwa kuko igihe Imana yarurema, yategekenije ko rutegerezwa gutangwa ku buntu, uhereye ku muvyeyi avyara umwana akamukunda ku buntu, umugore canke umugabo barondera umukunzi ku buntu. 2. Hari ikiguzi rimwe na rimwe gikenerwa ku bintu bitangirwa ubuntu Nk’uko kugira uronke amazi meza utegerezwa kugira ikiguzi kiri hasi utanga, no kugira ngo izuba ndetse n’imvura ukomeze kubironka ku buntu kandi neza hari ikiguzi utanga cane cane nko gutera ibiti, kubungabunga amashamba, gufata neza ibidukukuje, ariko ntibiba bisigura ko uba uriko uragura imvura canke izuba, ahubwo uba uriko urafasha kugira ubironke.  3. Umuntu yokwibaza ati : “Mbega ni ikihe kiguzi ntegerezwa gutanga ku rukundo ?” Akenshi mu gihe tugezemwo, abatari bake baritiranya urukundo no kugura. Aha usanga umuhungu yumva ko uwo bakundana bategerezwa kuryamana nawe kugira yemere ko amukunda canke umukobwa akumva ko urukundo rw’umusore bakundana ruzogaragarira ku bwinshi bw’amafaranga amuha, gutyo abone kwemera neza ko amukunda koko. Nta kiguzi uretse gukundana uko bikwiye ata buryarya
Aha usanga hari abagwa mu mutego wo kutazigera babona urukundo kuko baba bibagiye uburyo bwo guhitamwo. Ibintu ni ibironderwa, biraza kandi bikanagenda, ni nayo mpamvu uwuguhaye amafaranga canke uwo mukoranye amabanga mpuzabitsina ico kitaba gihagije kugira wumve ko wakunze canke wakunzwe 4. Uwo ukunda uramwitangira Ingingo yo kwitanga usanga yitabwaho cane no mu rukundo rw’ukuri rumwe rutagira uburyarya. Aha usanga umuntu yitaho umukunzi wiwe uko ashoboye ndetse ataretse no gutanga yaba amafaranga. Kuraba uko umwe yitangira uwundi ni kimwe mu bigaragaza urukundo nyarwo.
Aha rero ni vyiza kumenya gutandukanya kwitangirwa kubera urukundo ufitiwe no guhabwa kubera umururumba n’ubusambo. Mu rukundo rw’ukuri, kwitanga ni vyiza cane, ndetse ukageza n’aho witanga ukiyibagira kuko nico urukundo ruvuga. Ivyo ukora cane cane bikuvuye ku mutima nivyo bizokomeza urukundo rwanyu kurusha uko mwaryamana canke womuha ubutunzi burengeye kugira umwereke ko ushoboye. 5. Ikimenyetso ntabanduka c’urukundo rw’ukuri ni umutima ubwawo, nta kindi na kimwe cowusubirira Umutima nk’ikimenyetso ntabanduka, abahinga batandukanye bemeza ko umutima wonyene ubwawo na kamere bishobora kukwereka cane uwo wewe ukunda vy’ukuri kuruta uko wenyene wovyibwira, gusa ico urukundo rw’ukuri rutabura, ni ubuntu haba ku mukobwa canke ku muhungu. 6. Urukundo nyarwo rugera no mu zabukuru Ico ubuntu buvuze aha, ni ugukunda umuntu ata nyungu n’imwe umurindiriyeko. N’ubwo benshi mu mwaka y’ubu bemeza ko bitakibaho, ukuri ni uko igihe cose ubuntu ataribwo buyoboye urukundo urimwo, menya neza ko uba uri mu rukundo rutari urw’ukuri, ruba ari urukundo rwironderera akunguko, urwo narwo ntirumara na kabiri, ari naco gituma ingo zidasiba gusambuka, abakundana nabo bakaguma bahindagura abakunzi ” Inkuru yanditswe na Eric Nyandwi
Izi nizo Mpanvu 3 zituma abakobwa benshi bakunda abagabo bafise abagore...
Ntiduhaririye ko hari abagabo baca inyuma abagore babo bakaja mubandi bagore ariko tugiye kuraba dusanga ababikora aribake, akenshi usanga nabagabo babikora aruko usanga hari udukobwa twinshi tubiruka inyuma.  Nkuko tubibona hano muri America, hari ahantu henshi uzosohokera ugasanga abakobwa benshi bari kwiyegereza abagabo cane, abasore ugasanga ntabwo babitayeho, bityo abantu bakaba bama bibaza Impamvu nyamukuru zitera abakobwa gukunda abagabo bafise abagore. UBMNews tugiye kubabwira impanvu zitatu zituma abakobwa benshi bakunda abagabo bafise abagore. 1. Abasore benshi ntibazi agaciro k’umukobwa, ninayo mpamvu usanga kenshi hari abasore bafata nabi abakobwa, ego hariho abasore bafata neza abakobwa ariko kenshi abagabo nibo bazi gufata neza abakobwa. nigake uzumva ko hari umugabo wafashe nabi umukobwa iyo bahuriye ahantu ( Club, etc ). 2. Abakobwa benshi baba hano muri America ndetse nababa mubindi bihugu, ubu bamaze kwishiramwo ko abahungu nka 85% ko atakuri bavugisha muvy’urukundo kandi ninaco gituma bakunze kugira icizere gike co kuba babona umukunzi wukuri ubakwiye, Ibi rero bituma umukobwa yihitiramwo umugabo kuko yumva ko afise umugore umwe gusa, aho guhitamwo umusore ufise abakobwa benshi cane bakundana. 3. Tugiye kuraba dusanga kenshi umukobwa atamupango wo gutwara umugabo w’abandi aba afise, amwirukaho kuko yumva ko umugabo atakibazo co gusuzugurwa ari buhure naco, akenshi rero umukobwa biramworohera kubwira umugabo ko amukunda kurenza uko yobibwira umusore. Ese nikihe kintu ubona cibagiwe twari gushira murivyo bintu 3 tuvuze ??
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibihuha ni vyinshi ku bagwaye ingwara ya coronavirus m’Uburundi
Kumbuga ngurukana bumenyi hariko haraca amakuru avuga ko m’Uburundi abagwayi bane boba bitavye Imana mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Bikavugwa kandi ko n’umukuru w’Inama nshingamateka nawene ari ku musego biturutse kur’iyo ngwara ya coronavirus yugarije isi yose.  Ayandi makuru nayo akavuga ko umupfasoni w’umukuru w’igihugu nawene yajanywe mu gihugu ca Kenya kwivuza iyo ngwara ibuza umuntu guhema harimwo n’ubushuhe. Abantu nabo bakaguma barungika ubutumwa ku mbuga ngurukana bumenyi bavuga imiti itandukanye yoshobora kuvura no gukinga iyo ngwara ya coronavirus. Ayo makuru rero akaba atarabeshuzwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu benshi bagiriza kutitaba kukamo baba batewe n’abagwayi bibonyeko ibimenyesto vya coronavirus. Inumero za telephone zatanzwe nyinshi zikaba zititaba. Ubwo bushikirangani bw’amagara y’abantu bukaba butaratanga inkuru zikwiye kurabo bagwayi bavugwa hamwe no kuriyo miti abantu bifashisha kugira bivure ingwara ya coronavirus.
Denise Nkurunziza yoba yajanwe muri Kenya kuvurwa Coronavirus
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba akandi yiteguriye gusohoka ku butegetsi, ariwe Denise Bucumi Nkurunziza, yajanwe mu gihugu ca Kenya inyuma yo kwandura umugera wa Coronavirus. Ibinyamakuru vya Kenya biremeza iyo nkuru ko Denise Nkurunziza yuriye indege ejo ku musi wa kane mwibanga ntangere ajanwe ku bitaro vyigenga biri muri kenya avurwe COVID-19. Ikinyamakuru kimwe kinavuga mbere ko nabakaozi bakorera ku kibuga c’indege ca Bujumbura batemerewe kwegera ku nyandiko za Bucumi Denise zo kuja muri Kenya.  Bikavurwa kandi ko yagiye ajanye n’aba garde-corps biwe batatu umwe muribo akaba yaranduye nawe uyo mugera wa Covid-19. Naho ayo makuru yagizwe ibanga ntangere, biraboneka ko ibinyamakuru vyo muri Kenya vyovyo vyaciye bibona icajanye Denise Bucumi mu gihugu ca Kenya ko ari ukwivuze Coronavirus. Umushiikiranganji Thadee Ndikumana naho yahakanye ko yagiye muri Kenya kwivuza Coronavirus ku wa 21 Rusama 2020, ibinyamakuru vya Kenya vyemeza ko yagiyeyo kwivuza Covid-19. Sources: 1. https://metropoltv.co.ke/2020/05/29/burundis-ex-first-lady-airlifted-to-kenya-after-contracting-covid-19/ 2. https://sonkonews.com/burundi-first-lady-airlifted-kenya-covid-19/ 3.https://citizentv.co.ke/news/burundi-first-lady-evacuated-to-kenya-after-contracting-covid-19-334094/
Abasenyeri bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020
Umugwi w’abasenyeri bo mu Burundi, CECAB, bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020.  CECAB ikabona ko naho amatora muri rusangi yabaye mu mutekano, hatabuze ibigenda nabi. CECAB iravuga ko hatabaye ugufata kumwe abakandida bahiganirwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu. “Turababajwe cane n’utunenge twinshi twabaye mu matora ku bijanye n’ubwigenge, umuco mu matora hamwe nukunganisha abahiganwe bose mu kubafata kumwe bitabaye”, niko Joachin Ntahondereye arongoye CECAB yamenyesheje. Ibindi abo basenyeri bavuga bitagenze neza mu matora ni uguhata abahagarariye amatora gusinya ku nzandiko za nyuma zivyavuye mu matora(proces verbaux, ugutora mu kibanza c’abapfuye hamwe n’impunzi hamwe no kuja gutorera abandi incuro nyinshi.  Ibindi umugwi w’abaseneyri uvuga ko bitagenze neza ni kuba hari abatora batoye incuro irenga imwe hamwe no kwirukana abari bahagarariye amatora bo mu mugambwe CNL nabandi hamwe no kubatera ubwoba bikozwe n’abategetsi batwara. Idini rya katolika mu Burundi rikaba ryari risanzwe rifitaniye umubano mubi na leta ya CNDD-FDD kuva mu matora yose yarenganye. Ubwo leta y’Uburundi iza kwishura gute kuri ibi birego vyashizwe ahabona na katolika?
#COVID-19: Umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye Coronavirus
Mu makuru ariko aca ku mbuga nguruakana bumenyi ataremezwa na leta y’Uburundi avuga ko umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye umugera wa Coronavirus. Mu makuru ashirwa ahabona n’ikinyamakuru SOS Media Burundi avuga ko umushikiramganji w’amagara y’Abantu, Thaddee Ndikumana, yoba yajanwe mu gihugu ca Kenya kugira avurwe mu buryo bwihuta kubera Coronavirus yoba yaranduye.  Aya makuru arahuye nayandi avugwa ko mu Burundi ubu hari abarwayi benshi ba Coronavirus naho leta y’Uburundi idashaka kubashira ahabona. Mu misi yahera harabaye iyirukanwa ry’abakozi bakorera Ishirahamwe ryitaho amagara y’Abantu mu Burundi,OMS, hakanavugwa ko hoba harabaye ukutabona kumwe kwa leta y’Uburundi ibijanye no kurwanya ikiza ca COVID-19 mu gihugu c’Uburundi. https://twitter.com/SOSMediasBDI/status/1265192155330547712?s=20 Abarundi baba mu gisagara ca Bujumbura na cane cane bobo barafise ubwoba cane kubera ico kiza bivugwa ko coba gikwiragiye mu bantu ariko kubera ibikoresho vyo gupima bidashika kuri bose ntibabimenye. Mu Burundi gushika ubu hamaze kwandura abantu COVID-19 bashika ku 42 mu barenga amajana atanu bamaze gupimwa mu gisagara ca Bujumbura gusa. Ariko rero , nta numwe mu Barundi baba mu gihugu hagati arigera apimwa umugera wa Coronavirus na cane abarundi baba ku mupaka uhana imbibe n’ibindi bihugu vyanduye cane nka Tanzania hamwe n’Uburundi.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibintu bidasanzwe wokorera umukunzi wawe bikamwereka ko umukunda vyukuri (Igice ca gatatu)
Nkuko twatangiye iyi nyigisho yacu ifite umutwe ugira uti :” Ibintu wakora kugirango ugaragarize uwo mwashakanye ko umukunda by’ukuri “ Mbere tuakaba twarabagejejeho ibice bibiri by’iyi nyigisho ,ubu tukaba tugiye gukomeza tugaruka ku gice cya gatatu cyayo . Muri iki gice cya gatatu turakomeza tureba ibindi bintu bituma abashakanye banezezanya kugira ngo urukundo rwabo rusangambe. Ni ngombwa ko bagira igihe cyihariye bari hamwe kuko buri wese akeneye ko abona undi amwitayeho amutega amatwi, kaba nabyise icyo umuntu yita “Guha uwo mwashakanye umwanya mwiza wihariye”. Guha uwo mwashakanye Umwanya mwiza wihariye bishaka kuvuga ko ugomba kugena igihe ukitarura ibintu byose n’ukuvuga utarangarijye mu kureba amafirime,umupira ,imiziki kuri Television,gufata umwanya wawe munini uri murugo wibereye kuri Machine (Raptop),kuri Telephone no mu bindi bishobora kurangaza umuntu. Ukwiriye gusobanukirwa ko igihe uri kuganira na mugenzi wawe warangajwe n’ibi twavuze haruguru mu ganira usa n’udahari kuko ubwenge n’ibitekerezo byawe biba byamaze gutwarwa n’ibyo uri kubona maze ibi bigatuma utabasha gusabana mu kiganiro n’uwo mwashakanye ari nayo mpamvu usabwa ko igihe ushaka gufata umwanya w’umwihariko wo kuganira nuwo mwashakanye ukwiye kwitarura ibi byose ,ukaba wamusohokana ahantu hatuje cyangwa mu kaganira ibi byose bizimije kugirango mubone uko murebana akajisho kur’urukundo uha mugenzi wawe. Bishaka kuvuga ko muzafata igihe cyo gutembera mugenda n’amaguru kandi muri babiri gusa cyangwa kujya kurira hanze muri Restaurant bijya kumera nk’iby’abantu bari muri Fiancaille ariko biratandukanye ku bashakanye kuko Abafiance buri umwe ashobora kuba afitiye undi isoni . Mu gihe mu bashakanye bo baba baganira bafite byinshi bunguranaho ibitekerezo ndetse rimwe na rimwe ubabonye aho akagira ngo intego yabo niyo gufata amafunguro ariko kuribo intego ntaba ariyo ahubwo aba ari ukugirango bahindure uruganiriro. Burya iyo umugabo yicaranye n’ umugore akamuha iminota 45 cyangwa isaha amwitayeho ari kumwumva bigira umumaro ukomeye kuko muri iyo minota niho mubasha kuvuganira ukuri kose ndetse mu kanaganira kw’iterambere ry’urugo rwanyu bityo abashakanye bakwiye kwiha intego yo kujya bafata umwanya bakaganira bituma urugo rwabo rukomera kandi rukazira amakimbirane kuko byose biba byacocewe mu ruganiriro. Ikindi umuti umwe ntabwo ushobora kuvura uburwayi bwose niyo mpamvu habaho imiti inyuranye cyangwa se ikaba imiti ivanze bakuye mu miti itandukanye. Akaba ari yo mpamvu njya gutangira icyigisho cya mbere nabaje kukubaza ibibazo bibiri nti”1. Mbese waba uzi ibikorwa by’urukundo uwo mwashakanye yagukorera bigatuma urushaho kumukunda ? 2. Mbese waba uzi ibikorwa by’urukundo wakorera uwo mwashakanye bigatuma anezerwa, akumva ko umukunda? Ikiryoshya urukundo n’uguha uwo mwashakanye igihe cyihariye ukamwumva umuhanze amaso kandi umutima wawe ndetse n’ibitekerezo biri kuri we kandi bakaba bari ahantu hatari ibirangaza. Nk’urugero mu gihe umupapa yicaye hasi muri salon ( kuri floor) basunika agapira n’ umwana w’ imyaka 2 ibitekerezo bye ntabwo biba biri ku umupira ahubwo biba biri kuri uwo mwana ariko mu gihe uwo mu papa yaba ari gusunika ako gapira abifatanya no kuvugira kuri Telephone icyo gihe ibitekerezo bye ntabwo biba biri kuri uwo mwana. Abagabo bamwe n’abagore babo bibwira ko bakoresha Igihe cyabo hamwe kuko baba mu inzu imwe, mu mwanya umwe ,mu masaha amwe ariko ntabwo baba bari kumwe kuko birasohobka ko waba ubana n’umuntu mu nzu ariko ukamwima umwanya kandi wowe utabizi kuko buri gihe iyo ashatse ko mu ganira uba ufite ibindi wibereyemo . Iyo umugabo ari kwandikira umugore ubutumwa bugufi (message) cyangwa kuvugana kuri Telephone ntabwo aba ari kumuha igihe cy’ ubuzima kuko aba atari gukoresha ubwenge kandi n ’ibitekerezo bye ntibiba biri kuri we. Gutanga umwanya wihariye kuwo mwashakanye ntabwo bivuga kuba muri hamwe mu koresha igihe cyanyu murebana mu maso gusa ahubwo ni ugukorera ikintu hamwe kandi ku buryo buri wese ibitekerezo bye biri kuwundi ntakindi kiri ku murangaza. Mu gihe umugabo n’ umugore bari gukinana Tennis, byerekana guhana Igihe kuri buri wese ntabwo biba ari ugushyira ibitekerezo kuri uwo mukino ahubwo biba biri ku gikorwa cyo gusangira igihe cyawe na mugenzi wawe. Ibyo kandi bigakurikirwa n’ibiganiro (communication) yerekana ko buri wese ari kwita kuri mugenzi we, kuko bose baba bari kunezererwa ko buri wese ari kumwe n’undi, kandi bose basa nkaho bari gukora ibintu bimwe. Iyo uwo mwashakanye anezezwa no ku muha umwanya wihariye bizagusaba nabwo kumenya uburyo muganira kuko akenshi bisaba ku mutega amatwi kandi ukamwereka ko uri kumva amarangamutima ye. Ndagirango muri iyi nyigisho nzaguhe ibintu bigera ku icumi bizagufasha muri icyo gihe. 1: Bizagusaba kumureba mu gihe ari kukuvugisha, ibitekerezo byawe ugomba kubiganisha kuri we. 2. Ntugashake kumva ibyo uwo mwashakanye ari kukubwira uri kwikorera ibindi: Iyo uri gukora ibindi ntushobora kuvana ibitekerezo byawe kuribyo ako kanya bizagusaba ku mu bwiza ukuri, ukamubwira uti: nibyo ndabona ko ushaka kuvugana najye ndabyishimiye ariko ndashaka kukumva neza. Kubera ibyo ntabwo nabikora kano kanya ariko ubaye ushobora kumpa iminota15 nkabirangiza. Ndaza kwicara hasi nkumve. Bamwe barabyubahiriza nta kibazo. 3.Genzura uko yitwara ari ku kubwira: hari igihe aba ari gukubita mu biganza bye, ari kurira, ugomba gukurikirana movement ari kuguha biza gufasha kumenya uko amerewe (feeling). Izindi nama nakugira igihe uzaba umaze kumenya ko uwo mwashakanye akunda guhabwa umwanya wihariye bizagusaba nabwo ibi bikurikirana:  Kujyana nawe gutembera mugenda n’ amaguru hafi yaho mutuye. .-Niba mutuye mu mujyi mushobora kujya gutembera muri city Park mushobora nabwo kujya ahantu hari rose garden mu kajya muvugana kumabara yayo ,ayo akunda ni impamvu yabyo. 4. Ushobora kubwira uwo mwashakanye ku kwandikira ibintu bigera kuri bingahe bikunda ku munezaza. Maze wihe intego yo kujya byibura ukora kimwe buri kwezi ku mezi atanu akurikirana. . Ugomba gutekereza ibintu mugenzi wawe bimunezeza kurushaho niyo kuri wowe byaba bitakunezeza cyane. Umubwire ko ushaka ko buri rimwe mu kwezi ushaka kuzajya ujyana nawe. Imana Ihe urugo rwanyu umugisha. Iri jambo muritegurirwa kandi mukarigezwaho na Rev./Ev. Eustache Nibintije, Umunyeshuri wa Patriots Bible University yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Tel: +14128718098 Email: estachenib@yahoo.com
Ibintu bidasanzwe wokorera umukunzi wawe bikamwereka ko umukunda vyukuri (Igice ca kabiri)
Mu gice cya mbere cy’iyi nkuru isobanura ibintu wakora mu kugaragariza uwo mwashakanye ko umukunda nyabyo, twari twagarutse ku mbaraga z’amagambo yo gushima mu kubaka urukundo rw’abashakanye. (SOMA IGICE CYA MBERE HANO: Ibintu wakora mu kugaragariza uwo mwashakanye ko umukunda nyabyo (Igice cya mbere). Muri iki gice cya kabiri turareba izindi ngingo za ngombwa mu kubaka urukundo n’imibanire myiza hagati y’abashakanye. Uretse amagambo yo gushimira hagati y’abashakanye, ikindi cy’ingenzi ku bashakanye ni ukuvuga amagambo meza kandi ukanamenya kuyavuga mu buryo bwiza, ukagenzura uririmi rwawe mu gihe ubwira uwo mwashakanye kuko abashakanye ari ngombwa kuvugana amagambo yuzuye urukundo, ari nayo mpamvu ubanza kugenzura amagambo ugiye kubwira mugenzi wawe kandi n’uburyo ugomba gukoresha mu kuyamubwira ukabwitondera kuko akenshi iyo utabyitondeye bishobora kugabanya ikigero cy’urukundo uwo mwashakanye agukunda cyangwa se bikagusenyera. Burya hari amagambo amwe ariko asobanurwa mu buryo butandukanye bitewe n’uburyo uyavuzemo. Urugero uvuze ngo Ndagukunda undi akavuga ngo Ndakwikundira, bijya gusobanura kimwe ariko ubibwirwa abona ko kimwe kirimo akarusho. Ikindi kandi amagambo avuzwe mu ijwi ryo hejuru cyangwa se amagambo agaya ntabwo agaragaza urukundo ahubwo aba yerekana kumucira urubanza cyangwa kumwereka ko yaciye inka amabere. Uburyo uvuga ubwira umugabo wawe cyangwa umugore wawe biba ari ngenzi cyane. Bibliya itubwira ko “amagambo yoroheje yegizayo uburakari”. Mu gihe umugabo wawe cyangwa umugore wawe yarakaye cyangwa afite ibyamutesheje umutwe (stress), ntukamwongerere umuriro ahubwo mubwize ijwi ryoroheje. Kandi niba hari icyo wakoze kibi kuri we, biragusaba kumusaba imbabazi kandi ukabyihana ubwawe ukanatera intambwe yo kumwegera ukamusaba imbabazi utitaye ku cyubahiro cyawe kuko ikiba kigamijwe ni ukurangiza icyo kibazo ntabwo ari ukwerekana uko wowe ubibona. Ibyo nibyo byerekana gukura mu rukundo. Urukundo ntabwo rugarura amakosa yashize kuko nta n’umwe umeze nka malayika. Muri buzima bw’abashakanye ntabwo igihe cyose dukora ibintu neza cyangwa mu buryo bwiza, ntabwo dushobora gusiba ibyashize ahubwo kimwe dushobora gukora ni ukwihana kandi tukemera ko atari byiza tugahanga amaso iby’ahazaza. Dushobora gusaba imbabazi kandi tukagerageza gukora ibitandukanye n’ibyashize mu gihe kiri imbere. Iyo umwe ahisemo ubutabera (Justice) kandi agashaka ko yisyhurwa ibyo yakorewe urukundo ruba rubaye ikidashoboka. Iyo umwe ahisemo kubabarira mugenzi we, urukundo rurakomeza kandi rukongera rukabyuka. “Kubabarira niyo nzira urukundo runyuramo”. Hari imvugo cyangwa intekerezo zigaragaza uko kutihangana no kutababarira, izo zikaba zisenya urugo mu buryo bworoshye. Muri izo twavugamo: ”Siniyumvisha ukuntu wabikoze, ndumva ntazabyibagirwa, ntushobora kumva uko wambabaje, Sinshobora gukomeza kubana nawe nibikomeza gutya; N’iyo wampfukamira gute sinzi ko nshobora kukubabarira…” Ayo magambo yose ntabwo ari amagambo y’urukundo, ikintu cy’ingenzi kandi cyiza ni ukureka ibyo byakubabaje bibi bikaba amateka. Nibyo byarabaye kandi byarakubabaje kandi biracyakubabaza ariko icy’ingenzi ni ukubisabira imbabazi kandi ugatanga izo mbabazi. Nk’uko nabivuze haruguru ntushobora gusiba ibyashize ariko ushobora kubyemera nk’amateka ntukomeze kubyubakiraho. Dukeneye guhitamo kubaho uyu munsi tubohotse kubyo twakoze ejo hashize. Kubabarira ntabwo ari uko wiyumvamo cyangwa umerewe ahubwo KUBABARIRA nicyo usabwa gukora nk’uko ijambo ry’Imana ribivuga. Ni uguhitamo kwerekana impuhwe ntabwo ari ukugumana ibyo wakorewe ubikoresha mu guhangana n’uwabigukorereye. Kubabarira ni uburyo bwo kwerekana urukundo ugira uti: (Ndagukunda , I love you, Je t’ aime, Nakupenda.) bishaka kuvuga ngo “Nkwitayeho kandi mpisemo kukubabarira, ntabwo nzongera kwemera ko bigaruka kuri twe, ndizera ko ibi bitubayeho tuzabyigiraho, ntabwo waciye inka amabere kubera biriya byatubayeho. Uri umutware wanjye cyangwa se uri umufasha wanjye kandi twese tugiye gukora urugendo rushya duhereye hano” Iri jambo muritegurirwa kandi mukarigezwaho na Rev./Ev. Eustache Nibintije, Umunyeshuri wa Patriots Bible University yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Tel: +14128718098Email: estachenib@yahoo.com
Ibintu bidasanzwe wokorera umukunzi wawe bikamwereka ko umukunda vyukuri (Igice ca mbere )
Muri Bibiliya, mu gitabo cy’Imigani mu gice cya 18 ku murongo wa 22, hasobanura neza uburyo umugabo ubonye umugore mwiza aba agize umugisha utangaje agabiwe n’Imana ishobora byose. Hagira hati “Ubonye umugore mwiza aba abonye umugisha ahawe n’Uwiteka.”  Ijambo ry’Imana rimaze kutubwira ko ubonye umugore mwiza (uwo mwashanye mwiza) uba ubonye umugisha uhawe n’Imana. Ndashaka kubanza kuvuga kuri ririya jambo rivuga ngo “Uba ubonye umugisha uhawe n’Imana”. Nkunze kubwira abakristo ko kubona umugisha atari cyo gitangaza ko ahubwo igitangaza ari “icyo uza gukoresha uwo mugisha uhawe” cyangwa uko uzafata neza uwo mugisha wahawe. Abantu benshi bumva ko iyo uhawe umugisha biba birangiye ariko si ko bimeze kuko ugomba kumenya uko ufata neza uwo mugisha bitaba ibyo wa mugisha ukaba wakuviramo guhangayika. Niyo mpamvu uba ukwiriye kwegera Imana ukanayisaba ubwenge bwo gukoresha kugira ngo uwo mugisha utaguhindukira ibindi. Uyu munsi nk’uko bamwe mwabisabye tugiye gutangirana urugendo rwo kureba uko wafata neza uwo mugisha. Ndakwizeza ko nuramuka ukurikiranye iyi nama neza bizaguhindura ubuzima bwawe ndetse n’ imico yawe mu rugo rwawe. Ndabikubwira, kubera ko aho ntangiriye kwiga iyi program ( Christian Counseling) byahinduye ubuzima bwanjye ndetse n’ imico yanjye. Reka ntagire nkubaza ibi bibazo: 1. Mbese waba uzi ibikorwa by’urukundo uwo mwashakanye yagukorera bigatuma urushaho kumukunda ? 2. Mbese waba uzi ibikorwa by’urukundo wakorera uwo mwashakanye bigatuma anezerwa, akumva ko umukunda? Abantu bashakanye (umugabo n’umugore) bashobora kuba babanye neza kandi bakundanye ariko bakaba batazi uburyo bashobora kwerekana urukundo umwe akunda mugenzi we mu buryo bwiza. Muri iki gice cya mbere cy’inyigisho yerekana ibintu by’ibanze by’uburyo bwo kugaragariza uwo mwashakanye urukundo, turibanda ku ngingo ijyanye n’imbagara z’amagambo yo gushima hagati y’abakundanye. IMBARAGA Z’AMAGAMBO YO GUSHIMA MU KUBAKA URUKUNDO RW’ABASHAKANYE Ni ngombwa gukoresha amagambo yo gushima umugore wawe cyangwa se umugabo wawe. Ushobora kuba uyakoresha ariko ukayakoresha mu buryo busanzwe ariko si ko bimeze hari ubundi buryo ukoresha bujyane n’ amarangamutima yo mu buryo bw’ urukundo. Imigani 18:20, 21 hagira hati: “Ururimi rwiza ni rwo ruhaza inda y’umuntu, Kandi amagambo meza yunguka ni yo amuhesha guhaga. Ururimi ni rwo rwica kandi ni rwo rukiza, Abarukunda bazatungwa n’icyo ruzana.” Mu nzira yo kwerekana amarangamutima ni ugukoresha amagambo yubaka atari amagambo asenya. Salomon wanditse igitabo cyuzuyemo ubwenge bwinshi yanditse avuga ko “ururimi rufite imbaraga zitanga ubuzima cyangwa urupfu”. Iyo witegereje mu bantu bashakanye cyangwa abitegura kurushinga, usanga bamwe batarize ibijyanye n’izo mbaraga zitanga ubuzima cyangwa zikica, ziboneka mu magambo yo gushima umwe ku wundi. Gushima bifite imbaraga nyinshi mu bwumvikane hagati y’umugabo n’umugore. Hari amagambo agezweho kandi afite imbaraga mu gushima. Urugero nko kumushima ko yambaye neza kandi ko yaberewe, kumwereka ko wanezerewe uburyo yagufashije kurangiza inshingano zawe, (urugero yagutwaye ku kazi kandi wari usanzwe utega bus), kugufasha uturimo two mu rugo, ndetse ushobora kumushimira ko yanarangije inshingano afite murugo, nko kurihaa inzu niba mukodesha, kwishyura umuriro se niba muwufite munzu yanyu, kumushima ko yatetse neza, ko mu nzu hatunganyije neza (urugero nko muri salon cyangwa mu gitanda), ko abana bafite isuku, n’ibindi byinshi. Usanzwe intego y’urukundo ntabwo ari ukubona ibintu ushaka, ahubwo nI uburyo ukora ikintu mu buryo bwiza ku muntu ukunda. Niyo mpamvu iyo wakiriye Amagambo meza yo gushima bikongerera imbaraga zo gukora ibindi bikorwa ku wo mwashakanye. Kwongerera mugenzi wawe intege abenshi birabagora cyane kandi ari ikintu cy’ingenzi ku bashakanye. Ntabwo ari amagambo yo kumushima gusa, ugomba no kumubwira amagambo amwongerera ibitekerezo mu mirimo akora kuko bituma agira umurava mu akazi akora ka buri munsi atari ukumuca intege cyangwa kumuhatira ibyo wowe ushaka ko akora. Ahangaha usanga abenshi bakoresha amagambo yo kunenga cyangwa amagambo yerekana ko mugenzi we ari we nyirabayazana iyo ibintu bitagenze neza. Ntangira nakubwiye ko ushobora kuba ubikora ariko ukaba ubikora mu buryo busanzwe atari mu buryo bwo kumugaragariza amarangamutima y’urukundo umufitiye. Iri jambo muritegurirwa kandi mukarigezwaho na Rev./Ev. Eustache Nibintije, Umunyeshuri wa Patriots Bible University yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Tel: +14128718098Email: estachenib@yahoo.com
Kutabona ubutinyanka bwawe igihe kirekire yoba ari ingwara ?
Kutaja mu butinyanka biratesha umutwe, cane cane iyo uziko ata mabanga mpuzabitsina wakoze kugira hoho wiyumvire ko woba wasamye. Turashobora kuvuga ko kutaja mu butinyanaka biba ikibazo iyo haheze amezi arenga 3 utarabona ubutinyanka bwawe. Kubwa Muganga yanonosoye kuvura ingwara z’abakenyezi Minani Pierre Gerard, iyo ngorane ubwayo singwara. Ni ikimenyesto c’izindi ngwara. Turetse abakenyezi bakuze baciye imvyaro, umugore akiri muto ica mbere kimubuza kuja mu butinyanka n’uko aba yasamye, bitabaye ivyo rero biba ari ikimenyetso c’izindi ngwara. Nk’ubu nk’akarorero nk’umukobwa yagwaye igituntu co mu gitereko birashika igitereko kikononekara naho inkabuzo ziba zikwiye ntaje mu butinyanka. Igitereko kirafise ubwakiriro aho rero hubwakirro birashika  iyo wagwaye igituntu canke bilaliziyoze canke iyindi ngwara isinzikaza bikonona igitereko cawe. Ikindi kiri mu bituma umukenyezi ataja mu butinyanka ni igihe iyo umugore yakoroye inda canke akavyara akava amaraso menshi bakamukoropa cane igitereko ciwe kimererwa nabi, ivyo rero biratuma umukobwa atabona ubutinyanka ukwo ukwezi guheze. Hari n’igihe umukenyezi amara nimyaka nk’ine canke itanu ataja mu butinyanka. Biranagoye no kuvura n’uko ubu bisigaye bisa n’ivyaheze batakibigirira abakenyezi bibarutse. Umugore agandaye, ababaye yabuze umuntu nawe nyene arashobora kubura ubutinyanka bwiwe. Abakenyezi bonze, abagira ikarashishi nyinshi cane birabashikira, mugabo bagabanije bigasubira bikaja ku murongo. Hariho n’izindi ngwara z’abakenyezi zifata udusaho tw’imbuto, ivyo barabivukana aho usanga abo bakenyezi muribo bafise inkabuzo zo kugwara ingwara y’igisukari abo rero baronka ubutinyanka butandukanye gose, amaraso akayabona haheze nk’amezi atandatu aje naho akamara nk’idwi zitatu. Ni ingwara ibabaza, barabivukana ntibavyandura ni mvukanwa. Muganga rero arabandanya ati hambavu y’ivyo rero, hari n’izindi ngwara zituma umukenyezi ataja mu butinyanka biva kugwara akenshi ziva ku nkabuzo zo mu mutwe, hari n’igihe rero tutaronka insiguro nyayo vy’ukuri tutaba tubona neza ico vyavuyeko. Umukenyezi yitura Muganga ryari? Ubutinyanka ni nk’umuzingi uguma uzunguruka uva ku bintu vyinshi, ku nkabuzo zo mumutwe, zo kudusaho tw’imbuto, n’ibindi. Ica mbere n’uko namba wahora ubona umuzingi wawe ukora neza ukaba waja mu butinyanka neza ukabona uransimvye uraja kwa muganga ukaraba ko atari imbanyi, ica kabiri hari abakenyezi uwo muzingi urenga mugabo biza buri mezi abiri naho nyene ni sawa mu gihe biza ku gihe. Abandi baba bafise umuziringi uhindagurika usanga biva ku kabonge canke imyitwarariko ashitse kwa muganga baraheza bakabarungika kuri barya baba barize ivy’inyifato. Ni ibisazwe hari igihe vyiheza wa muzingi ugasubira ukaja ku murongo, uko bigenda kwose ni ngombwa ko umukenyezi aja kwa muganga. Umuntu afise iyo ngorane arasama? Umuntu ataja mu butinyanka nta wa munsi twovuga urubuto rw’umugabo ruhura n’urwumugore uheza ngo uboneke mu yandi majambo ntavyo twita “Ovulation” biba. Keshi umuzingi umara hafi ukwezi n’iminsi 28 hanyuma ubutinyanka bukamara hagati y’iminsi 3 n’iminsi 6 iyugiye munsi canke ukarenza ni ingorane haraheza rero hakaba ico twita “ovulation” hagati y’uyo muzingi barya baja mu butinyanka rimwe mu mwaka biragoye ko bagira ico bita “ovulation”. Si ukuvuga ko batazovyara mugabo biragora no guharura aho yosamira. “Abakanyezi rero basazwe babona amaraso bisanzwe, umuzingi wabo uzunguruka neza, hanyuma akabona bukwi na bukwi birahagaze uwo araza kwa muganga tugaheza tukaraba ico vyavuyeko muga rero hari n’abandi rero baba baravutse bameze gutyo  ugasanga uhereye mu buto bwabo babona amaraso gake abo rero nabo baragoye kuvura, barashobora gusama muga batevye canke naho bakabafasha mu kubaha inkabuzo zituma haba ovulation agaheza agasama.”, uko niko Muganga MINANI Pierre Gerard yanonosoye kuvura ingwara z’abakenyezi abishikiriza. Barabivura bigakira? Nk’uko twabibonye biravana nico biba vyavuyeko. Kubwa Muganga Minani, aho bidashoboka ko bavura ni igihe umukenyezi aba yavutse adafise igitereko kuko nayo nyene ni iyindi ngorane ituma umukobwa atabona ubutinyanka. Aho rero bimeze gutyo  ngo ntawukosora Imana. Muganga aranginza atera akamo abakenyezi ko mu kwirinda iyo ngorane ko ari kugira ubuzima bwiza umuntu agafungura neza akagira ikarashishi, ukinonora imitsi mugabo ntiwibabaze. Ikindi nuko iyo ngorane abakenyezi batoyifata minenerwe, umukenyezi ataja mu butinyanka ni ukuvuga ko ata “Ovulation” ib. Umukeyezi abonye bimushikiye bitahora bimushikira yonyarukira kwa muganga bakamurabira icabitumye gutyo ingorane igahera.
Ngizi hano Position 4 zidasanzwe zogufasha gushimisha umukunzi wawe (+18 )
Mu gihe mu makuru yacu aheruka twababwiye uko wokora igikorwa mu kinyamazuri bita cunniling canke cunni, aho ari ukwonka canke ugufyeta igihimba c’irondoka c’umugore mu ntumbero yo kumuryohera. Uno musi tugaruka kuri zimwe muri Position zobafasha kurangura neza ico gikorwa.  Izo position zimwe ni nk’izo : – Umugore ashobora kuba agaramye, amaguru apfunyije canke yaguye. Umugabo canke uwo bagira barangurane iryo banga nawe aba afukamye, umutwe uri mu maguru. Iyo ni Position abantu Bose basanzwe bakoresha. –  Position 69 : Iyo umugabo n’umugore baba bari muzungu wa ine, umwe wese aba afise umutwe wiwe uri mu maguru ya mugenziwe. Muri ico gihe uburyohe buraheza bugasangirwa kuko ic’umwe aba ariko akorera uwundi n’uwundi Nico aba ariko aramukorera. – Umugore ashobora kandi kuba yicaye hejuru y’isura y’umugabo, aho naho rero hakaba hashobora kuba ukwinjira kw’ururimi mu gihimba c’irondoka, mu kinyamazuru bita Pénétration  Linguale. –  Umugore ashobora kuba kandi kuba ahagaze, umugabo nawe afukamye. Iyi ariko ntiyoroshe, eka n’ugushikira igihimba bits rugongo canke Clitoris ntibiheza ngo vyorohere umugabo. Isuku Isuku rikwiye ni ngombwa mu gihe muriko mushaka kurangura iryo banga, nimba mwumva mutizeye isuku mufise ni vyiza kugenda mukiyuhagira. Haraho ariko rero umugabo abandanya yumva ko akamoto Atari Keza naho umugore aba yoze, ni vyiza ko umugore yoca aba umugabo ko yokoresha yabigenewe -Lubrifiant – . Mu gihe c’ubutinyanka, c’uburumbuke birakunda ko Cunni gikorwa, kiretse mu gihe uba ufise umugera wa SIDA. Ariko hari abagabo bamwe bashobora kwumva ko bashishwe kubera ukubona amaraso, kandi n’ukubatahura. Aho rero umwe wese aca akora Ico ashoboye. Ingwara Naho SIDA yandurwa game biciye muri ico gikorwa c’ugufyeta igihimba c’irondoka c’umugore, izindi ngwara zozo ntizokugera umutwe. Muri Ico gihe agakingirizo ntaco kogufasha, inzira imwe yo nyene ihari n’ukwihangana mu gihe wanduye.
Woba uzi ingaruka mbi ziterwa n’ingeso yo kwikinisha?
Umwe mu bakunzi ba UBM News atashimye ko tumuvuga amazina yiwe, yatwandikiye adusaba ko twogira ico tumubwira kubijanye no kwinisha, murino nkuru twakoreye ubushakashatsi twifashishije Internet, turagaruka kungaruka mbi ziterwa no kwikinisha. Icitonderwa : Ino nkuru ntiwemerewe kuyisoma utarengeje imyaka 18  1 ) Ashuhirwa buri kanya bitewe n’utuntu tutunvikana 2) Ubushakashatsi bwakozwe n’abahinga muvy’urukundo, bwerekanye ko mu barwayi 1000 b’igituntu 414 muri bo bagitewe no kwikinisha. 3) Uwikinisha agera ku rwego rwo kuba yo kwikorana imibonano mpuzabitisna n’uwobagihuje kuko aba atinya ikindi gitsina 4) Umubiri wuwikinisha ntiwihanganira izindi ndwara ( Akenshi ashobora kwandura indwara zitandukanye )   Kwikinisha ni igikorwa kitari ciza gikunze gukorwa n’urwaruka canke bamwe mu bakuze yaba abagabo canke abagore. Ababikora ubwabo bemeza yuko bigabanya ubushuhe bw’imibonano mpuzabitsina ariko ingaruka zo kwikinisha ni nyishi cane. Nk’uko ino nkuru tuyikesha nikinyamakuru gikorera kuri Internet ” aufeminin.com, ingaruka zo kwikinisha ni nyinshi cane. Murizo tukaba twovuga  nko kwonona umurongo utwara amaraso mu gitsina, kugabanuka kw’amasohoro bikaba vyotera amavya gukoresha inguvu zidasanzwe mu kongera kuzuza udusaho tw’intanga gusa,  intanga zikozwe muri ubwo buryo zikaba ziza ari nke kandi zitari ubwoko bwiza akenshi akaba ari vyo bitera ubugumba ( umuntu kutavyara )  Ubushakashatsi bwakozwe bwasanze ko umuntu ukunda kwikinisha akenshi agera naho atinya igitsina gore nimba ari igitsina gabo, yaba ari igitsina gore agatinya abagabo bityo ugasanga yikundira gukora imibonano mpuzabitsina nuwo bahuje igitsina. Kwikinisha bitera kandi imikorere y’ivyiyumvo vy’igitsina idasanzwe bimwe bita mu ririmi rwicongereza ( sexual hypersensitivity ) , ku buryo umuntu ukunda kwikinisha agera aho ashukwa buri kanya n’aho bitari ngombwa, akarorero nk’igitsina giciye kumpuzu, yitegereje amashusho afitaniye isano n’imibonano mpuzabitsina, avuganye numugenzi wiwe kuri telefoni canke hari ivyo yiyunviriye bijanye na vyo.   Kwikinisha kandi bitera kugabanuka kw’umunezero mu gihe c’imibonano mpuzabitsina hagati y’umugore n’umugabo, bikagabanya inguvu z’imikorere y’ubwonko umuntu agatangura kwibagira bidasanzwe. UBM News turahanura abantu bose boba bikinisha ko bobiheba kuko ingaruka zavyo murunva ko atari nziza ikindi naco nuko kwikinisha bishobora kukuviramwo ingaruka mbi yo kutavyara.
Menya hano ibintu 5 bikomeye vyoshobora kugufasha ukazokwama ufise umunezero n’umukunzi...
Umuntu wese ashobora kwinjira m’urukundo kandi iyo winjiye murukundo uba wipfuza ko wama unezerewe ibihe vyose ndetse ukagira namahoro murukundo uba winjiyemwo.  UBM News yaritegereje ibona yuko hari ibintu bishika kuri 5 wogenderako kugirango ushobore kugira umunezero urenze, naho hariho vyinshi cane vyoguha umunezero ariko ibi vyovyo ngiye kukubwira niwabikwirikiza bizoguha umunezero uhagije. 1.Gukunda umuntu agukunda nawe. Twaritegereje tubona yuko gukunda umuntu ukabimubwira ari ibintu vyoroshe ariko kugira ngo usange nawe agukunda ntibikunze kubaho. Nimba ugiye gusaba umuntu urukundo ntiwiyunvire yuko azoca akwemerera ahubwo wishiremwo ko harigihe ushobora gusanga hari uwundi bakundanye canke ko bishika ntakwiyunvemwo . Si vyiza rero kubimuhatiriza kandi atabikeneye. 2.Kudakora igereranya Ni vyiza kunyurwa n’umukunzi wawe ukumva ko ariwe wenyene mukwiranye naho yoba atariwe wa mbere mukundanye. Nimba kandi warigeze gukundana n’abandi uzokwirinde kumugereranya nabo, haba mu vyo agukorera canke n’uko wewe umubona. Ibi bizotuma urukundo umukunda rwiyongera. 3.Kumenyana bihagije n’umukunzi wawe Kubwira ibintu vyose umukunzi wawe ntihagire na bimwe umuhisha,kumugisha inama no kumwiyumvamwo bitanga umunezero mwinshi mu rukundo.Ibi kandi bigufasha kumenya ingeso ziwe,ukamenya ico akunda n’ico yanka. 4.Kubwizanya ukuri muri Vyose Ukuri ni ngombwa igihe cose mugihe uba uriko uraganira n’umukunzi wawe kuko gutuma habaho ukwizerana ndetse kubwizanya ukuri gutuma utagira umutima uhagaze igihe cose muri kumwe canke mutari kumwe. 5.Kumuha umwanya wisanzuye Ntuzobere umukunzi wawe intambamyi canke inzitizi ku bintu bimwe na bimwe bitohungabanya urukundo rwanyu. ego ndabizi ko gufuhira uwo ukunda ari ngombwa kuko bica biboneka ko umwitaho ariko ntibikabe urwitwazo ngo ube womubangamira no mu gihe bitari ngombwa. Urukundo ntabwo ari umubabaro ahubwo ni isoko y’ umunezero uhagije uri hagati y’abakundana.
Ngaya amakosa 9 akomeye cane ukwiye kwirinda mu gihe ugiye gukora...
Mu gihe ugeze mu gitanda ugashaka gukora imibonano mpuzabitsina hari ivyo ukwiye kubanza kwitaho, harimwo no kubanza gutegura umugenzi wawe kugirango nawe yisange mu gikorwa muba mugiyemwo.  Benshi mu bagabo b’abarundi baba hano muri America ndetse no kwisi yose ntibamenya amakosa bakorera mu buriri, kandi nyamara ivyo kubimenya birakenewe kuko bigufasha kugira vyinshi ukosora bigatuma urugo rwawe ruryoherwa cane.
Aya ni amakosa 9 ukwiye kwirinda gukorera mu gitanda  : 1. Kudasomana Abagabo benshi ntibakunze gusoma abagore mu gihe bari gukora imibonano mpuzabitsina. Iri ni ikosa rikomeye cane kuko biba bikenewe kugirango umunezero ubashe kwiyongera. Impamvu usanga abagabo badakunze kubikora, ahanini biterwa n’uburyo bakora imibonano mpuzabistina bityo bigatuma batabasha kubona uko bosomana, Gusa ico twobabwira ni kugerageza kuja murasomana mu gihe muriko murakora ico gikorwa c’urukundo. 2. Kugira aho umuruma imbere y’uko umutegura neza canke yitegura  Mu gihe c’umunezero udasanzwe ushobora kuba wogenda uruma ariko bitari cane ku bice bimwe na bimwe vy’umubiri wa mugenzi wawe. Aha twovuga :urutugu, umutwe w’ibere, izosi n’ahandi ariko ibi ubikoze utaramutegura neza bishobora ku mubabaza ndetse bikamutera uburibwe bityo ntimusangire umunezero. 3. Kutita ku bice vy’umubiri wiwe Akenshi usanga abagabo bakurikira cane ku mabere ndetse n’imyanya y’igitsina c’umugore gusa ( Vagina ) . Aha ugomba kwitondera iyindi myanya isigaye igize umubiri muri rusange, aho ugomba no kwita ku bindi bice bigize umubiri, nko ku munanura umugongo, gukorakora kunda yiwe n’ibindi bice bishobora kumushusha no kumugusha neza 4. Kumushiraho ibiro vyawe vyose uko vyakabaye
Hari igihe ushobora kuja mu vyishimo ndetse bikaba ngombwa ko wibagira ukirekura wese ukamuryama hejuru uko wakabaye. Ibi si vyiza na gato kuko igihe umushizeho ibiro vyawe vyose ushobora no kumubuza guhuma neza.
Ibi rero ukwiye kuvyirinda kuko bimutera no kumva atisanzuye mu buryo mushobora gusangira umunezero.  5. Kurangiza vuba canke utevye . Mu gihe urangiza vuba canke utevye hari ico bibangamira imibonano mpuzabitsina yawe na mugenzi wawe. Iyo urangiza vuba bituma utagera ku rugero rwo kumushimisha kandi iyo urangiza utevye bimutera nawe kurambirwa . Igihe rero udashobora gusuzuma kurangiza kwawe rero ukwiye kugerageza kugumya kumukinisha mu gihe warangije vuba kugirango nawe umufashe kugera ku vyishimo kandi nimba ubona uri burangize utevye  komeza ugerageze kumuhindurira mu buryo atarambirwa kugirango agufashe kuza kurangiza. 6. Kutamubwira ko ugiye kurangiza (Gusohora) Abagabo benshi ivyo ntiba vyitaho usanga ico bapfa ari uko bakora bakarangiza, muri make ntibaha umwanya mugenzi wabo kumenya ibiri kuba. Nyamara nk’uko tubikesha urubuga rwai nterineti ask me ngo nivyiza ko umubwirako hari ikigiye kuba, aho bagira bati “biroroshe kuba wamubwira uti : “ngiye kurangiza 7. Gushaka gukora imibonano mpuzabitsina nk’uko ubibona muri filimi z’urukozasoni (Pornography) Nubwo hari benshi ibi babikunda ariko si vyiza na gato gufata mugenzi wawe (umukobwa canke umugore) mugiye gukorana imibonano mpuzabitsina ugahita utangura kumukoresha uburyo wabonye mu ma Movie y’urukozasoni (Pornography ) utazi nimba abikunda canke se yonabishobora. 8. Gukora imibonano mpuzabitsina ucecetse utariko uravuga ! Abagabo benshi bakunda kwicecekera ahubwo bakiyunvira ko umugore bakorana imibonano kwahava atera hejuru akavuza urwamo yishimye. iyunvire  rero hanyuma nawe umuhe icubahiro wumve ko akeneye kumva ko nawe wishimiye igikorwa murimwo, ushobora kuja ugira amajambo uvuga atuma yumva ko nawe vyakunyuze kandi wishimye. 9. Gucumagura nkaho ari inyundo ikwikira umusumari ! Ibi bishobora kukunezeza ndetse ukumva unaryohewe, yamara nanka kukubesha ibi abagore benshi ntavyo bakunda ndetse n’umugore wawe bwite yoba utabikunda ariko akaba yaratinye kubikubwira . Ivyiza mu kunoza igihe cawe n’uwo mukorana imibonano mpuzabitsina, nuko warukwiye kumenya kwihuta ukanavangamwo no kugenda bukebuke, kuko imibonano mpuzabistina ni igikorwa gisabwa mwese muba muriko muragikora ko muvyishimira mukanezerwa.
Menya hano amakosa 20 akomeye cane ukwiye kwirinda kuzovuga ubwambere niyo...
Mu rwego rwo kugirango bitakuviramwo kubonwa nabi canke guhagarara k’urukundo war’utanguye kandi wipfuza ko rutera imbere, aya ni amakosa 20 ukwiye kwirinda mugihe ugiye kubonana n’uwo mutegura gukundana :  1.Gucererwa 2. Kwambara nabi (ukurikije uko umubona) nkakarorero : Impuzu yigeze kukubwira ko ikubera mugihe uyambaye canke ko akunda vyaba vyiza ariyo wambaye mugihe mugiye kubonana. 3. Kwisiga ukarenza urugero ku buryo yonakuyoberwa ntakumenye. 4. Kutamutega amatwi, kwishinga usamara mugihe ariko aravuga ” ubwo nivyiza kumwunviriza ” 5. Kubaza ibibazo vyinshi 6.kwiyoberanya ” ugashaka kwigira uyundi muntu ” 7. kwitanguranwa kwishura igihe mwahuriye ahantu mugira ico mufata kandi ariwe wagutumiye 8. Kuvuga kuwo mwahoze mukundana ” ibi nibibi cane ”  9. Kurya uko udasanzwe ariko no kwarura vyinshi utamara ni amakosa mugihe muba mwasohokanye. 10. Kumubwira imipango yawe yakazoza kandi atayikubajije 11. Kumudondorera ibibi wahuye navyo n’abandi mwakundanye imbere yiwe kandi atabikubajije 12. Gushaka kumwereka ko umwishimiye nko kumutamika igihe muri gusangira (bwa mbere muhuye si vyiza) 13. Kuvuga kubintu bijanye n’igitsina 15. kwiyemera  16. Kumuha amakuru menshi cane kandi atayo akubajije 17. Kumwereka ko yaguteye isoni ugahungira kuri telephone kandi mwafashe umwanya kugirango muganire 18. Kumwereka ko amakuru yose yiwe ko uyafise neza, niyo woba uyazi ngo vyoba vyiza umuretse akayakubwira nyene ubwiwe. 19. Kumwereka ko uzi vyose 20. Kumunegurira abandi bantu ” Akarorero kugaya abo mwigeze gukundana
Menya ukuri : Ibintu 4 biri mu vya mbere akenshi bituma...
Akenshi burya har’ibintu vyinshi bitandukanye bituma abakundana bashobora gutandukana ndetse mu buryo bwihuse bakaba bashobora no kuba abansi, Muri ivyo harimwo ibifatika ariko kandi hakongera hakabamwo n’ibindi bidafatika, ndetse hari nivyo wokwunva gusa kuri wewe ukabona  atarivyo vyotuma abantu batandukana.  Gusa rero ntugomba kwiyibagiza ko abantu bakunda kandi bakongera bakanka ibintu bitandukanye, Hariho umuntu usanga we yanka ko bamutuka ugasanga avuga ati: hako wontuka wopfuma unkubita, hariho uwundi yanka gukubitwa we akakubwira ati : wopfuma untuka ivyo ushaka vyose ariko ntuze wigere wihenda ngo unkubite nahahandi ho twobivugana neza. Hano tugiye kubabwira ibintu 4 bituma abakundana bashobora gutandukana mu gihe gito: 1-Kwama urwanya ivyiyunviro vy’umukunzi wawe ukabona ko ataco bimaze.
2-Kutubaha umukunzi wawe hamwe nokutamwishimira.
3-Kwihagararako mu gihe uri mu makosa ukanka gusaba ikigongwe ndetse ukanka kwemera ko wakoze ikosa.
4-Kudaha agaciro hamwe no kwanka gutahura umukunzi wawe buri gihe cose iyo agize ico agusaba umukorere ukama umuhakanira .
Ngibi hano ibintu 10 abagore bose aho bava bakagera bipfuza gukorerwa...
1. Igihe uri kumwe n’mugore wawe mufate ku rutugu, umurabe mu maso nawe akurabe, mumare nk’iminota ibiri mutavuga, hanyuma umubwire ko umukunda nibiba ngombwa unamusome utamuteguje mbese umutunguye.  2. Abagabo bakunda kugira akazi kenshi ariko burya umugore akunda umugabo ushakisha niburiburi iminota mike akaja ahantu hatari urusaku hanyuma ukamuhamagara ukamwereka yuko umwiyunvira kandi ukamubwira ijambo “ndagukunda”  3. Gerageza gukorera umugore wawe ibintu bimwereka ko harimwo ubwitange ariko wirinde kumubwira ko witanze. Wewe bikore, hanyuma nyene ubwiwe abibone utarinze kubimubwira. 4. Uje ukorana imipango n’mugore wawe nko kujana gusenga, kuraba film, umupira , gutemberera abantu n’ibindi bitandukanye. 5. Ja wibuka amatariki umugore wawe afata nk’ingirakamaro mu buzima bwiwe, nk’itariki yiwe y’avukiyeko hamwe nibindi kandi umwereke yuko wavyibutse. 6. Ja ufata igihe utemberane n’mugore wawe ndetse mube mwahitamwo no kutarara mu rugo muje ahantu kure y’aho muba mufate nka hotel, ubundi ahasigaye mwiyibutse ivyo mwakora vyose kera mutarabana. 7. Kora ubushakashatsi ku mugore wawe, umenye impuzu akunda muyo ufise hanyuma ube ariyo wambara igihe cose muri kumwe. 8. Mu gihe uri kumwe n’mugore wawe mu rugo musange mu gikoni mutegurane ifunguro. Gufasha umugore wawe biratuma bimuha umunezero udasanzwe. 9. Akenshi iyo umugore wawe yakoze ikintu ciza, nkakarorero kukazi hamwe nibindi, uze umushimira kuko navyo biratuma aronka intege. 10. Igihe cose uri kumwe n’mugore wawe, ja ugerageza kumubwira mwijwi ryoroheje ndetse akenshi niwagenda kumubwira akantu gasekeje  k’ibanga uje ukoresha kumwongorera, ngo kuko ibi bituma abona ko hari itandukaniro riri hagati yawe n’abandi.
Ibi niwabikorera umugore wawe ntakabuza muzobona mumahoro adasanzwe kuko abagore benshi bakunda ibintu bimeze nkuko.
Menya hano impanvu zitangaje z’Itera abagore amajwi adasazwe mu gihe c’imibonano...
Umuntu wese agira uburyo bwo kugaragaza Umunezero mu gihe c’imibonano mpuzabitsina, bitewe n’uburyo yakiriyemwo ico gikorwa, abagore bamwe bakaba babigaragarisha amajwi adasazwe rimwe na rimwe bakarira canke bakaniha, ariko ngo si kenshi bagera Kuruwomunezero.  Ubushakashatsi bwakozwe ku bijanye n’ibitsina, Sophie Bramly wo mu gihugu c’u Bufaransa yagize ati : ku bagore bari hagati y’imyaka 22 na 52, abagera kuri 72 ku bijanye n’amajwi adasanzwe abagore bakunda kugira mu gihe c’imibonano Mpuzabitsina, bwagaragaje ko aya majwi aterwa N’umunezero. Kugira ngo umugore agere kuruw’umunezero ukomeye ( orgasm ) , umugabo asabwa gukorera umugore wiwe ibintu vyomushimisha kuruta gukora ivyo yumva nyene ubwiwe vyomushimisha, kandi n’umugore agaharanira gukora icoshimisha umukunzi wiwe. Muri ayo majwi harimwo gusakuza, kuniha, kurira n’ayandi. Abakoze ubu bushakashatsi bashaka kumenya nimba abagore basakuza babishaka canke nimba vyizana mu gihe baryohewe n’imibonano mpuzabitsina.  Abagore babajijwe, batangaje ko bashobora kubigeraho mu gihe baba bariko bikinisha bonyene, canke bari kumwe n’umugabo babitewe n’umunezero , ariko kandi aba bagore bavuze ko ari gake bikunze gushika kugira bagere kuri uwo munezero udasanzwe utuma basakuza canke barira. Ku bijanye n’uru rusaku rwo kugera kwu rwego rwo hejuru mu gihe c’imibonano mpuzabitsina ( orgasm ) , hari abagore basakuza batabitewe n’umunezero, ahubwo bagapfa kubikora kugirango bereke abagabo babo ka bavyishimiye kandi ari ububeshi.
Menya ukuri : Ibintu 7 bikomeye bituma abagore batandukana n’abagabo babo
1.guca inyuma umugore Abagabo kenshi baca inyuma abagore babo kuko mumiterere yabo baba bashaka kuvumbura no kumenya ibintu bishasha. Iyo amaranye igihe n’umugore wiwe aba yumva ashaka kumenya uko abandi bameze akamuca inyuma, ivyo rero bikaba bica bibabaza umugore bityo no gutandukana bikaba vyoshoboka kubera iyo mpanvu yo kuja mu bandi bagore.  2.gukunda gukora imibonano mpuzabitsina Abagabo batandukanye hari igihe baba  bashaka gukora imibonano mpuzabitsina igihe runaka ubundi abagore babo ntibabishake. Iyo umugore atari mu gihe co gushaka gukora imibonano mpuzabitsina bituma umugabo aja gushaka abandi babikorana,ivyo rero bikaba vyotuma batandukana. 3. gukunda uwundi mugore Ntibikunze kubaho ko umugabo akunda uwundi mugore batashakanye ariko hari igihe arambirwa kubana nuwo batwaranye bityo agakunda uwundi kuko aba atagifitiye icizere uwo bashakanye. Ibi rero bituma umugore atandukana n’umugabo wiwe. 4. kutumvikana Umugabo ni umutwe w’urugo ariko ntibivuze ko ivyiyunviro vy’umugore yuko bitohabwa agaciro kuko navyo birubaka cane . Iyo umugabo adaha agaciro ivyiyunviro vy’umugore wiwe, ntamwubahe ndetse ntamuhe ijambo murugo , ivyo bituma umugore atandukana n’umugabo. 5.kumugereranya n’abandi bagore Iyo umugabo yatanguye kukugereranya n’abandi bagore, burigihe abona ko hariho abakurusha ubwiza canke se amahera, Ico gihe atangura kubirukira,  wewe nta kwiteho cane bityo  urukundo rukagenda rugabanuka, ivyo rero bishobora gutuma umugore afata icemezo co gutandukana n’umugabo wiwe. 6. kutita kubikenewe  m’urugo Iyo umugabo adakora ivyo asabwa nko gushaka ibitunga umuryango, ugasanga kenshi umugore ariwe akora ibintu vyose wenyene, ico gihe umugore ariwe avunika wenyene. Ivyo rero kenshi bituma umugore atandukana n’mugabo wiwe. 7. kutizera umugore Iyo umugabo atizera umugore wiwe , burigihe akama yibaza ko umugore yoba aja mu bandi bagabo , ibi bituma umugore yunva ko atizerwa n’umugabo wiwe bityo bikaba vyotuma umugore aheba uwo mugabo bivanye nuko yunva ko atizerwa.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibihuha ni vyinshi ku bagwaye ingwara ya coronavirus m’Uburundi
Kumbuga ngurukana bumenyi hariko haraca amakuru avuga ko m’Uburundi abagwayi bane boba bitavye Imana mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Bikavugwa kandi ko n’umukuru w’Inama nshingamateka nawene ari ku musego biturutse kur’iyo ngwara ya coronavirus yugarije isi yose.  Ayandi makuru nayo akavuga ko umupfasoni w’umukuru w’igihugu nawene yajanywe mu gihugu ca Kenya kwivuza iyo ngwara ibuza umuntu guhema harimwo n’ubushuhe. Abantu nabo bakaguma barungika ubutumwa ku mbuga ngurukana bumenyi bavuga imiti itandukanye yoshobora kuvura no gukinga iyo ngwara ya coronavirus. Ayo makuru rero akaba atarabeshuzwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu benshi bagiriza kutitaba kukamo baba batewe n’abagwayi bibonyeko ibimenyesto vya coronavirus. Inumero za telephone zatanzwe nyinshi zikaba zititaba. Ubwo bushikirangani bw’amagara y’abantu bukaba butaratanga inkuru zikwiye kurabo bagwayi bavugwa hamwe no kuriyo miti abantu bifashisha kugira bivure ingwara ya coronavirus.
Denise Nkurunziza yoba yajanwe muri Kenya kuvurwa Coronavirus
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba akandi yiteguriye gusohoka ku butegetsi, ariwe Denise Bucumi Nkurunziza, yajanwe mu gihugu ca Kenya inyuma yo kwandura umugera wa Coronavirus. Ibinyamakuru vya Kenya biremeza iyo nkuru ko Denise Nkurunziza yuriye indege ejo ku musi wa kane mwibanga ntangere ajanwe ku bitaro vyigenga biri muri kenya avurwe COVID-19. Ikinyamakuru kimwe kinavuga mbere ko nabakaozi bakorera ku kibuga c’indege ca Bujumbura batemerewe kwegera ku nyandiko za Bucumi Denise zo kuja muri Kenya.  Bikavurwa kandi ko yagiye ajanye n’aba garde-corps biwe batatu umwe muribo akaba yaranduye nawe uyo mugera wa Covid-19. Naho ayo makuru yagizwe ibanga ntangere, biraboneka ko ibinyamakuru vyo muri Kenya vyovyo vyaciye bibona icajanye Denise Bucumi mu gihugu ca Kenya ko ari ukwivuze Coronavirus. Umushiikiranganji Thadee Ndikumana naho yahakanye ko yagiye muri Kenya kwivuza Coronavirus ku wa 21 Rusama 2020, ibinyamakuru vya Kenya vyemeza ko yagiyeyo kwivuza Covid-19. Sources: 1. https://metropoltv.co.ke/2020/05/29/burundis-ex-first-lady-airlifted-to-kenya-after-contracting-covid-19/ 2. https://sonkonews.com/burundi-first-lady-airlifted-kenya-covid-19/ 3.https://citizentv.co.ke/news/burundi-first-lady-evacuated-to-kenya-after-contracting-covid-19-334094/
Abasenyeri bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020
Umugwi w’abasenyeri bo mu Burundi, CECAB, bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020.  CECAB ikabona ko naho amatora muri rusangi yabaye mu mutekano, hatabuze ibigenda nabi. CECAB iravuga ko hatabaye ugufata kumwe abakandida bahiganirwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu. “Turababajwe cane n’utunenge twinshi twabaye mu matora ku bijanye n’ubwigenge, umuco mu matora hamwe nukunganisha abahiganwe bose mu kubafata kumwe bitabaye”, niko Joachin Ntahondereye arongoye CECAB yamenyesheje. Ibindi abo basenyeri bavuga bitagenze neza mu matora ni uguhata abahagarariye amatora gusinya ku nzandiko za nyuma zivyavuye mu matora(proces verbaux, ugutora mu kibanza c’abapfuye hamwe n’impunzi hamwe no kuja gutorera abandi incuro nyinshi.  Ibindi umugwi w’abaseneyri uvuga ko bitagenze neza ni kuba hari abatora batoye incuro irenga imwe hamwe no kwirukana abari bahagarariye amatora bo mu mugambwe CNL nabandi hamwe no kubatera ubwoba bikozwe n’abategetsi batwara. Idini rya katolika mu Burundi rikaba ryari risanzwe rifitaniye umubano mubi na leta ya CNDD-FDD kuva mu matora yose yarenganye. Ubwo leta y’Uburundi iza kwishura gute kuri ibi birego vyashizwe ahabona na katolika?
#COVID-19: Umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye Coronavirus
Mu makuru ariko aca ku mbuga nguruakana bumenyi ataremezwa na leta y’Uburundi avuga ko umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye umugera wa Coronavirus. Mu makuru ashirwa ahabona n’ikinyamakuru SOS Media Burundi avuga ko umushikiramganji w’amagara y’Abantu, Thaddee Ndikumana, yoba yajanwe mu gihugu ca Kenya kugira avurwe mu buryo bwihuta kubera Coronavirus yoba yaranduye.  Aya makuru arahuye nayandi avugwa ko mu Burundi ubu hari abarwayi benshi ba Coronavirus naho leta y’Uburundi idashaka kubashira ahabona. Mu misi yahera harabaye iyirukanwa ry’abakozi bakorera Ishirahamwe ryitaho amagara y’Abantu mu Burundi,OMS, hakanavugwa ko hoba harabaye ukutabona kumwe kwa leta y’Uburundi ibijanye no kurwanya ikiza ca COVID-19 mu gihugu c’Uburundi. https://twitter.com/SOSMediasBDI/status/1265192155330547712?s=20 Abarundi baba mu gisagara ca Bujumbura na cane cane bobo barafise ubwoba cane kubera ico kiza bivugwa ko coba gikwiragiye mu bantu ariko kubera ibikoresho vyo gupima bidashika kuri bose ntibabimenye. Mu Burundi gushika ubu hamaze kwandura abantu COVID-19 bashika ku 42 mu barenga amajana atanu bamaze gupimwa mu gisagara ca Bujumbura gusa. Ariko rero , nta numwe mu Barundi baba mu gihugu hagati arigera apimwa umugera wa Coronavirus na cane abarundi baba ku mupaka uhana imbibe n’ibindi bihugu vyanduye cane nka Tanzania hamwe n’Uburundi.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibintu bidasanzwe wokorera umukunzi wawe bikamwereka ko umukunda vyukuri (Igice ca gatatu)
Nkuko twatangiye iyi nyigisho yacu ifite umutwe ugira uti :” Ibintu wakora kugirango ugaragarize uwo mwashakanye ko umukunda by’ukuri “ Mbere tuakaba twarabagejejeho ibice bibiri by’iyi nyigisho ,ubu tukaba tugiye gukomeza tugaruka ku gice cya gatatu cyayo . Muri iki gice cya gatatu turakomeza tureba ibindi bintu bituma abashakanye banezezanya kugira ngo urukundo rwabo rusangambe. Ni ngombwa ko bagira igihe cyihariye bari hamwe kuko buri wese akeneye ko abona undi amwitayeho amutega amatwi, kaba nabyise icyo umuntu yita “Guha uwo mwashakanye umwanya mwiza wihariye”. Guha uwo mwashakanye Umwanya mwiza wihariye bishaka kuvuga ko ugomba kugena igihe ukitarura ibintu byose n’ukuvuga utarangarijye mu kureba amafirime,umupira ,imiziki kuri Television,gufata umwanya wawe munini uri murugo wibereye kuri Machine (Raptop),kuri Telephone no mu bindi bishobora kurangaza umuntu. Ukwiriye gusobanukirwa ko igihe uri kuganira na mugenzi wawe warangajwe n’ibi twavuze haruguru mu ganira usa n’udahari kuko ubwenge n’ibitekerezo byawe biba byamaze gutwarwa n’ibyo uri kubona maze ibi bigatuma utabasha gusabana mu kiganiro n’uwo mwashakanye ari nayo mpamvu usabwa ko igihe ushaka gufata umwanya w’umwihariko wo kuganira nuwo mwashakanye ukwiye kwitarura ibi byose ,ukaba wamusohokana ahantu hatuje cyangwa mu kaganira ibi byose bizimije kugirango mubone uko murebana akajisho kur’urukundo uha mugenzi wawe. Bishaka kuvuga ko muzafata igihe cyo gutembera mugenda n’amaguru kandi muri babiri gusa cyangwa kujya kurira hanze muri Restaurant bijya kumera nk’iby’abantu bari muri Fiancaille ariko biratandukanye ku bashakanye kuko Abafiance buri umwe ashobora kuba afitiye undi isoni . Mu gihe mu bashakanye bo baba baganira bafite byinshi bunguranaho ibitekerezo ndetse rimwe na rimwe ubabonye aho akagira ngo intego yabo niyo gufata amafunguro ariko kuribo intego ntaba ariyo ahubwo aba ari ukugirango bahindure uruganiriro. Burya iyo umugabo yicaranye n’ umugore akamuha iminota 45 cyangwa isaha amwitayeho ari kumwumva bigira umumaro ukomeye kuko muri iyo minota niho mubasha kuvuganira ukuri kose ndetse mu kanaganira kw’iterambere ry’urugo rwanyu bityo abashakanye bakwiye kwiha intego yo kujya bafata umwanya bakaganira bituma urugo rwabo rukomera kandi rukazira amakimbirane kuko byose biba byacocewe mu ruganiriro. Ikindi umuti umwe ntabwo ushobora kuvura uburwayi bwose niyo mpamvu habaho imiti inyuranye cyangwa se ikaba imiti ivanze bakuye mu miti itandukanye. Akaba ari yo mpamvu njya gutangira icyigisho cya mbere nabaje kukubaza ibibazo bibiri nti”1. Mbese waba uzi ibikorwa by’urukundo uwo mwashakanye yagukorera bigatuma urushaho kumukunda ? 2. Mbese waba uzi ibikorwa by’urukundo wakorera uwo mwashakanye bigatuma anezerwa, akumva ko umukunda? Ikiryoshya urukundo n’uguha uwo mwashakanye igihe cyihariye ukamwumva umuhanze amaso kandi umutima wawe ndetse n’ibitekerezo biri kuri we kandi bakaba bari ahantu hatari ibirangaza. Nk’urugero mu gihe umupapa yicaye hasi muri salon ( kuri floor) basunika agapira n’ umwana w’ imyaka 2 ibitekerezo bye ntabwo biba biri ku umupira ahubwo biba biri kuri uwo mwana ariko mu gihe uwo mu papa yaba ari gusunika ako gapira abifatanya no kuvugira kuri Telephone icyo gihe ibitekerezo bye ntabwo biba biri kuri uwo mwana. Abagabo bamwe n’abagore babo bibwira ko bakoresha Igihe cyabo hamwe kuko baba mu inzu imwe, mu mwanya umwe ,mu masaha amwe ariko ntabwo baba bari kumwe kuko birasohobka ko waba ubana n’umuntu mu nzu ariko ukamwima umwanya kandi wowe utabizi kuko buri gihe iyo ashatse ko mu ganira uba ufite ibindi wibereyemo . Iyo umugabo ari kwandikira umugore ubutumwa bugufi (message) cyangwa kuvugana kuri Telephone ntabwo aba ari kumuha igihe cy’ ubuzima kuko aba atari gukoresha ubwenge kandi n ’ibitekerezo bye ntibiba biri kuri we. Gutanga umwanya wihariye kuwo mwashakanye ntabwo bivuga kuba muri hamwe mu koresha igihe cyanyu murebana mu maso gusa ahubwo ni ugukorera ikintu hamwe kandi ku buryo buri wese ibitekerezo bye biri kuwundi ntakindi kiri ku murangaza. Mu gihe umugabo n’ umugore bari gukinana Tennis, byerekana guhana Igihe kuri buri wese ntabwo biba ari ugushyira ibitekerezo kuri uwo mukino ahubwo biba biri ku gikorwa cyo gusangira igihe cyawe na mugenzi wawe. Ibyo kandi bigakurikirwa n’ibiganiro (communication) yerekana ko buri wese ari kwita kuri mugenzi we, kuko bose baba bari kunezererwa ko buri wese ari kumwe n’undi, kandi bose basa nkaho bari gukora ibintu bimwe. Iyo uwo mwashakanye anezezwa no ku muha umwanya wihariye bizagusaba nabwo kumenya uburyo muganira kuko akenshi bisaba ku mutega amatwi kandi ukamwereka ko uri kumva amarangamutima ye. Ndagirango muri iyi nyigisho nzaguhe ibintu bigera ku icumi bizagufasha muri icyo gihe. 1: Bizagusaba kumureba mu gihe ari kukuvugisha, ibitekerezo byawe ugomba kubiganisha kuri we. 2. Ntugashake kumva ibyo uwo mwashakanye ari kukubwira uri kwikorera ibindi: Iyo uri gukora ibindi ntushobora kuvana ibitekerezo byawe kuribyo ako kanya bizagusaba ku mu bwiza ukuri, ukamubwira uti: nibyo ndabona ko ushaka kuvugana najye ndabyishimiye ariko ndashaka kukumva neza. Kubera ibyo ntabwo nabikora kano kanya ariko ubaye ushobora kumpa iminota15 nkabirangiza. Ndaza kwicara hasi nkumve. Bamwe barabyubahiriza nta kibazo. 3.Genzura uko yitwara ari ku kubwira: hari igihe aba ari gukubita mu biganza bye, ari kurira, ugomba gukurikirana movement ari kuguha biza gufasha kumenya uko amerewe (feeling). Izindi nama nakugira igihe uzaba umaze kumenya ko uwo mwashakanye akunda guhabwa umwanya wihariye bizagusaba nabwo ibi bikurikirana:  Kujyana nawe gutembera mugenda n’ amaguru hafi yaho mutuye. .-Niba mutuye mu mujyi mushobora kujya gutembera muri city Park mushobora nabwo kujya ahantu hari rose garden mu kajya muvugana kumabara yayo ,ayo akunda ni impamvu yabyo. 4. Ushobora kubwira uwo mwashakanye ku kwandikira ibintu bigera kuri bingahe bikunda ku munezaza. Maze wihe intego yo kujya byibura ukora kimwe buri kwezi ku mezi atanu akurikirana. . Ugomba gutekereza ibintu mugenzi wawe bimunezeza kurushaho niyo kuri wowe byaba bitakunezeza cyane. Umubwire ko ushaka ko buri rimwe mu kwezi ushaka kuzajya ujyana nawe. Imana Ihe urugo rwanyu umugisha. Iri jambo muritegurirwa kandi mukarigezwaho na Rev./Ev. Eustache Nibintije, Umunyeshuri wa Patriots Bible University yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Tel: +14128718098 Email: estachenib@yahoo.com
Ibintu bidasanzwe wokorera umukunzi wawe bikamwereka ko umukunda vyukuri (Igice ca kabiri)
Mu gice cya mbere cy’iyi nkuru isobanura ibintu wakora mu kugaragariza uwo mwashakanye ko umukunda nyabyo, twari twagarutse ku mbaraga z’amagambo yo gushima mu kubaka urukundo rw’abashakanye. (SOMA IGICE CYA MBERE HANO: Ibintu wakora mu kugaragariza uwo mwashakanye ko umukunda nyabyo (Igice cya mbere). Muri iki gice cya kabiri turareba izindi ngingo za ngombwa mu kubaka urukundo n’imibanire myiza hagati y’abashakanye. Uretse amagambo yo gushimira hagati y’abashakanye, ikindi cy’ingenzi ku bashakanye ni ukuvuga amagambo meza kandi ukanamenya kuyavuga mu buryo bwiza, ukagenzura uririmi rwawe mu gihe ubwira uwo mwashakanye kuko abashakanye ari ngombwa kuvugana amagambo yuzuye urukundo, ari nayo mpamvu ubanza kugenzura amagambo ugiye kubwira mugenzi wawe kandi n’uburyo ugomba gukoresha mu kuyamubwira ukabwitondera kuko akenshi iyo utabyitondeye bishobora kugabanya ikigero cy’urukundo uwo mwashakanye agukunda cyangwa se bikagusenyera. Burya hari amagambo amwe ariko asobanurwa mu buryo butandukanye bitewe n’uburyo uyavuzemo. Urugero uvuze ngo Ndagukunda undi akavuga ngo Ndakwikundira, bijya gusobanura kimwe ariko ubibwirwa abona ko kimwe kirimo akarusho. Ikindi kandi amagambo avuzwe mu ijwi ryo hejuru cyangwa se amagambo agaya ntabwo agaragaza urukundo ahubwo aba yerekana kumucira urubanza cyangwa kumwereka ko yaciye inka amabere. Uburyo uvuga ubwira umugabo wawe cyangwa umugore wawe biba ari ngenzi cyane. Bibliya itubwira ko “amagambo yoroheje yegizayo uburakari”. Mu gihe umugabo wawe cyangwa umugore wawe yarakaye cyangwa afite ibyamutesheje umutwe (stress), ntukamwongerere umuriro ahubwo mubwize ijwi ryoroheje. Kandi niba hari icyo wakoze kibi kuri we, biragusaba kumusaba imbabazi kandi ukabyihana ubwawe ukanatera intambwe yo kumwegera ukamusaba imbabazi utitaye ku cyubahiro cyawe kuko ikiba kigamijwe ni ukurangiza icyo kibazo ntabwo ari ukwerekana uko wowe ubibona. Ibyo nibyo byerekana gukura mu rukundo. Urukundo ntabwo rugarura amakosa yashize kuko nta n’umwe umeze nka malayika. Muri buzima bw’abashakanye ntabwo igihe cyose dukora ibintu neza cyangwa mu buryo bwiza, ntabwo dushobora gusiba ibyashize ahubwo kimwe dushobora gukora ni ukwihana kandi tukemera ko atari byiza tugahanga amaso iby’ahazaza. Dushobora gusaba imbabazi kandi tukagerageza gukora ibitandukanye n’ibyashize mu gihe kiri imbere. Iyo umwe ahisemo ubutabera (Justice) kandi agashaka ko yisyhurwa ibyo yakorewe urukundo ruba rubaye ikidashoboka. Iyo umwe ahisemo kubabarira mugenzi we, urukundo rurakomeza kandi rukongera rukabyuka. “Kubabarira niyo nzira urukundo runyuramo”. Hari imvugo cyangwa intekerezo zigaragaza uko kutihangana no kutababarira, izo zikaba zisenya urugo mu buryo bworoshye. Muri izo twavugamo: ”Siniyumvisha ukuntu wabikoze, ndumva ntazabyibagirwa, ntushobora kumva uko wambabaje, Sinshobora gukomeza kubana nawe nibikomeza gutya; N’iyo wampfukamira gute sinzi ko nshobora kukubabarira…” Ayo magambo yose ntabwo ari amagambo y’urukundo, ikintu cy’ingenzi kandi cyiza ni ukureka ibyo byakubabaje bibi bikaba amateka. Nibyo byarabaye kandi byarakubabaje kandi biracyakubabaza ariko icy’ingenzi ni ukubisabira imbabazi kandi ugatanga izo mbabazi. Nk’uko nabivuze haruguru ntushobora gusiba ibyashize ariko ushobora kubyemera nk’amateka ntukomeze kubyubakiraho. Dukeneye guhitamo kubaho uyu munsi tubohotse kubyo twakoze ejo hashize. Kubabarira ntabwo ari uko wiyumvamo cyangwa umerewe ahubwo KUBABARIRA nicyo usabwa gukora nk’uko ijambo ry’Imana ribivuga. Ni uguhitamo kwerekana impuhwe ntabwo ari ukugumana ibyo wakorewe ubikoresha mu guhangana n’uwabigukorereye. Kubabarira ni uburyo bwo kwerekana urukundo ugira uti: (Ndagukunda , I love you, Je t’ aime, Nakupenda.) bishaka kuvuga ngo “Nkwitayeho kandi mpisemo kukubabarira, ntabwo nzongera kwemera ko bigaruka kuri twe, ndizera ko ibi bitubayeho tuzabyigiraho, ntabwo waciye inka amabere kubera biriya byatubayeho. Uri umutware wanjye cyangwa se uri umufasha wanjye kandi twese tugiye gukora urugendo rushya duhereye hano” Iri jambo muritegurirwa kandi mukarigezwaho na Rev./Ev. Eustache Nibintije, Umunyeshuri wa Patriots Bible University yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Tel: +14128718098Email: estachenib@yahoo.com
Ibintu bidasanzwe wokorera umukunzi wawe bikamwereka ko umukunda vyukuri (Igice ca mbere )
Muri Bibiliya, mu gitabo cy’Imigani mu gice cya 18 ku murongo wa 22, hasobanura neza uburyo umugabo ubonye umugore mwiza aba agize umugisha utangaje agabiwe n’Imana ishobora byose. Hagira hati “Ubonye umugore mwiza aba abonye umugisha ahawe n’Uwiteka.”  Ijambo ry’Imana rimaze kutubwira ko ubonye umugore mwiza (uwo mwashanye mwiza) uba ubonye umugisha uhawe n’Imana. Ndashaka kubanza kuvuga kuri ririya jambo rivuga ngo “Uba ubonye umugisha uhawe n’Imana”. Nkunze kubwira abakristo ko kubona umugisha atari cyo gitangaza ko ahubwo igitangaza ari “icyo uza gukoresha uwo mugisha uhawe” cyangwa uko uzafata neza uwo mugisha wahawe. Abantu benshi bumva ko iyo uhawe umugisha biba birangiye ariko si ko bimeze kuko ugomba kumenya uko ufata neza uwo mugisha bitaba ibyo wa mugisha ukaba wakuviramo guhangayika. Niyo mpamvu uba ukwiriye kwegera Imana ukanayisaba ubwenge bwo gukoresha kugira ngo uwo mugisha utaguhindukira ibindi. Uyu munsi nk’uko bamwe mwabisabye tugiye gutangirana urugendo rwo kureba uko wafata neza uwo mugisha. Ndakwizeza ko nuramuka ukurikiranye iyi nama neza bizaguhindura ubuzima bwawe ndetse n’ imico yawe mu rugo rwawe. Ndabikubwira, kubera ko aho ntangiriye kwiga iyi program ( Christian Counseling) byahinduye ubuzima bwanjye ndetse n’ imico yanjye. Reka ntagire nkubaza ibi bibazo: 1. Mbese waba uzi ibikorwa by’urukundo uwo mwashakanye yagukorera bigatuma urushaho kumukunda ? 2. Mbese waba uzi ibikorwa by’urukundo wakorera uwo mwashakanye bigatuma anezerwa, akumva ko umukunda? Abantu bashakanye (umugabo n’umugore) bashobora kuba babanye neza kandi bakundanye ariko bakaba batazi uburyo bashobora kwerekana urukundo umwe akunda mugenzi we mu buryo bwiza. Muri iki gice cya mbere cy’inyigisho yerekana ibintu by’ibanze by’uburyo bwo kugaragariza uwo mwashakanye urukundo, turibanda ku ngingo ijyanye n’imbagara z’amagambo yo gushima hagati y’abakundanye. IMBARAGA Z’AMAGAMBO YO GUSHIMA MU KUBAKA URUKUNDO RW’ABASHAKANYE Ni ngombwa gukoresha amagambo yo gushima umugore wawe cyangwa se umugabo wawe. Ushobora kuba uyakoresha ariko ukayakoresha mu buryo busanzwe ariko si ko bimeze hari ubundi buryo ukoresha bujyane n’ amarangamutima yo mu buryo bw’ urukundo. Imigani 18:20, 21 hagira hati: “Ururimi rwiza ni rwo ruhaza inda y’umuntu, Kandi amagambo meza yunguka ni yo amuhesha guhaga. Ururimi ni rwo rwica kandi ni rwo rukiza, Abarukunda bazatungwa n’icyo ruzana.” Mu nzira yo kwerekana amarangamutima ni ugukoresha amagambo yubaka atari amagambo asenya. Salomon wanditse igitabo cyuzuyemo ubwenge bwinshi yanditse avuga ko “ururimi rufite imbaraga zitanga ubuzima cyangwa urupfu”. Iyo witegereje mu bantu bashakanye cyangwa abitegura kurushinga, usanga bamwe batarize ibijyanye n’izo mbaraga zitanga ubuzima cyangwa zikica, ziboneka mu magambo yo gushima umwe ku wundi. Gushima bifite imbaraga nyinshi mu bwumvikane hagati y’umugabo n’umugore. Hari amagambo agezweho kandi afite imbaraga mu gushima. Urugero nko kumushima ko yambaye neza kandi ko yaberewe, kumwereka ko wanezerewe uburyo yagufashije kurangiza inshingano zawe, (urugero yagutwaye ku kazi kandi wari usanzwe utega bus), kugufasha uturimo two mu rugo, ndetse ushobora kumushimira ko yanarangije inshingano afite murugo, nko kurihaa inzu niba mukodesha, kwishyura umuriro se niba muwufite munzu yanyu, kumushima ko yatetse neza, ko mu nzu hatunganyije neza (urugero nko muri salon cyangwa mu gitanda), ko abana bafite isuku, n’ibindi byinshi. Usanzwe intego y’urukundo ntabwo ari ukubona ibintu ushaka, ahubwo nI uburyo ukora ikintu mu buryo bwiza ku muntu ukunda. Niyo mpamvu iyo wakiriye Amagambo meza yo gushima bikongerera imbaraga zo gukora ibindi bikorwa ku wo mwashakanye. Kwongerera mugenzi wawe intege abenshi birabagora cyane kandi ari ikintu cy’ingenzi ku bashakanye. Ntabwo ari amagambo yo kumushima gusa, ugomba no kumubwira amagambo amwongerera ibitekerezo mu mirimo akora kuko bituma agira umurava mu akazi akora ka buri munsi atari ukumuca intege cyangwa kumuhatira ibyo wowe ushaka ko akora. Ahangaha usanga abenshi bakoresha amagambo yo kunenga cyangwa amagambo yerekana ko mugenzi we ari we nyirabayazana iyo ibintu bitagenze neza. Ntangira nakubwiye ko ushobora kuba ubikora ariko ukaba ubikora mu buryo busanzwe atari mu buryo bwo kumugaragariza amarangamutima y’urukundo umufitiye. Iri jambo muritegurirwa kandi mukarigezwaho na Rev./Ev. Eustache Nibintije, Umunyeshuri wa Patriots Bible University yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Tel: +14128718098Email: estachenib@yahoo.com
Kutabona ubutinyanka bwawe igihe kirekire yoba ari ingwara ?
Kutaja mu butinyanka biratesha umutwe, cane cane iyo uziko ata mabanga mpuzabitsina wakoze kugira hoho wiyumvire ko woba wasamye. Turashobora kuvuga ko kutaja mu butinyanaka biba ikibazo iyo haheze amezi arenga 3 utarabona ubutinyanka bwawe. Kubwa Muganga yanonosoye kuvura ingwara z’abakenyezi Minani Pierre Gerard, iyo ngorane ubwayo singwara. Ni ikimenyesto c’izindi ngwara. Turetse abakenyezi bakuze baciye imvyaro, umugore akiri muto ica mbere kimubuza kuja mu butinyanka n’uko aba yasamye, bitabaye ivyo rero biba ari ikimenyetso c’izindi ngwara. Nk’ubu nk’akarorero nk’umukobwa yagwaye igituntu co mu gitereko birashika igitereko kikononekara naho inkabuzo ziba zikwiye ntaje mu butinyanka. Igitereko kirafise ubwakiriro aho rero hubwakirro birashika  iyo wagwaye igituntu canke bilaliziyoze canke iyindi ngwara isinzikaza bikonona igitereko cawe. Ikindi kiri mu bituma umukenyezi ataja mu butinyanka ni igihe iyo umugore yakoroye inda canke akavyara akava amaraso menshi bakamukoropa cane igitereko ciwe kimererwa nabi, ivyo rero biratuma umukobwa atabona ubutinyanka ukwo ukwezi guheze. Hari n’igihe umukenyezi amara nimyaka nk’ine canke itanu ataja mu butinyanka. Biranagoye no kuvura n’uko ubu bisigaye bisa n’ivyaheze batakibigirira abakenyezi bibarutse. Umugore agandaye, ababaye yabuze umuntu nawe nyene arashobora kubura ubutinyanka bwiwe. Abakenyezi bonze, abagira ikarashishi nyinshi cane birabashikira, mugabo bagabanije bigasubira bikaja ku murongo. Hariho n’izindi ngwara z’abakenyezi zifata udusaho tw’imbuto, ivyo barabivukana aho usanga abo bakenyezi muribo bafise inkabuzo zo kugwara ingwara y’igisukari abo rero baronka ubutinyanka butandukanye gose, amaraso akayabona haheze nk’amezi atandatu aje naho akamara nk’idwi zitatu. Ni ingwara ibabaza, barabivukana ntibavyandura ni mvukanwa. Muganga rero arabandanya ati hambavu y’ivyo rero, hari n’izindi ngwara zituma umukenyezi ataja mu butinyanka biva kugwara akenshi ziva ku nkabuzo zo mu mutwe, hari n’igihe rero tutaronka insiguro nyayo vy’ukuri tutaba tubona neza ico vyavuyeko. Umukenyezi yitura Muganga ryari? Ubutinyanka ni nk’umuzingi uguma uzunguruka uva ku bintu vyinshi, ku nkabuzo zo mumutwe, zo kudusaho tw’imbuto, n’ibindi. Ica mbere n’uko namba wahora ubona umuzingi wawe ukora neza ukaba waja mu butinyanka neza ukabona uransimvye uraja kwa muganga ukaraba ko atari imbanyi, ica kabiri hari abakenyezi uwo muzingi urenga mugabo biza buri mezi abiri naho nyene ni sawa mu gihe biza ku gihe. Abandi baba bafise umuziringi uhindagurika usanga biva ku kabonge canke imyitwarariko ashitse kwa muganga baraheza bakabarungika kuri barya baba barize ivy’inyifato. Ni ibisazwe hari igihe vyiheza wa muzingi ugasubira ukaja ku murongo, uko bigenda kwose ni ngombwa ko umukenyezi aja kwa muganga. Umuntu afise iyo ngorane arasama? Umuntu ataja mu butinyanka nta wa munsi twovuga urubuto rw’umugabo ruhura n’urwumugore uheza ngo uboneke mu yandi majambo ntavyo twita “Ovulation” biba. Keshi umuzingi umara hafi ukwezi n’iminsi 28 hanyuma ubutinyanka bukamara hagati y’iminsi 3 n’iminsi 6 iyugiye munsi canke ukarenza ni ingorane haraheza rero hakaba ico twita “ovulation” hagati y’uyo muzingi barya baja mu butinyanka rimwe mu mwaka biragoye ko bagira ico bita “ovulation”. Si ukuvuga ko batazovyara mugabo biragora no guharura aho yosamira. “Abakanyezi rero basazwe babona amaraso bisanzwe, umuzingi wabo uzunguruka neza, hanyuma akabona bukwi na bukwi birahagaze uwo araza kwa muganga tugaheza tukaraba ico vyavuyeko muga rero hari n’abandi rero baba baravutse bameze gutyo  ugasanga uhereye mu buto bwabo babona amaraso gake abo rero nabo baragoye kuvura, barashobora gusama muga batevye canke naho bakabafasha mu kubaha inkabuzo zituma haba ovulation agaheza agasama.”, uko niko Muganga MINANI Pierre Gerard yanonosoye kuvura ingwara z’abakenyezi abishikiriza. Barabivura bigakira? Nk’uko twabibonye biravana nico biba vyavuyeko. Kubwa Muganga Minani, aho bidashoboka ko bavura ni igihe umukenyezi aba yavutse adafise igitereko kuko nayo nyene ni iyindi ngorane ituma umukobwa atabona ubutinyanka. Aho rero bimeze gutyo  ngo ntawukosora Imana. Muganga aranginza atera akamo abakenyezi ko mu kwirinda iyo ngorane ko ari kugira ubuzima bwiza umuntu agafungura neza akagira ikarashishi, ukinonora imitsi mugabo ntiwibabaze. Ikindi nuko iyo ngorane abakenyezi batoyifata minenerwe, umukenyezi ataja mu butinyanka ni ukuvuga ko ata “Ovulation” ib. Umukeyezi abonye bimushikiye bitahora bimushikira yonyarukira kwa muganga bakamurabira icabitumye gutyo ingorane igahera.
Ngizi hano Position 4 zidasanzwe zogufasha gushimisha umukunzi wawe (+18 )
Mu gihe mu makuru yacu aheruka twababwiye uko wokora igikorwa mu kinyamazuri bita cunniling canke cunni, aho ari ukwonka canke ugufyeta igihimba c’irondoka c’umugore mu ntumbero yo kumuryohera. Uno musi tugaruka kuri zimwe muri Position zobafasha kurangura neza ico gikorwa.  Izo position zimwe ni nk’izo : – Umugore ashobora kuba agaramye, amaguru apfunyije canke yaguye. Umugabo canke uwo bagira barangurane iryo banga nawe aba afukamye, umutwe uri mu maguru. Iyo ni Position abantu Bose basanzwe bakoresha. –  Position 69 : Iyo umugabo n’umugore baba bari muzungu wa ine, umwe wese aba afise umutwe wiwe uri mu maguru ya mugenziwe. Muri ico gihe uburyohe buraheza bugasangirwa kuko ic’umwe aba ariko akorera uwundi n’uwundi Nico aba ariko aramukorera. – Umugore ashobora kandi kuba yicaye hejuru y’isura y’umugabo, aho naho rero hakaba hashobora kuba ukwinjira kw’ururimi mu gihimba c’irondoka, mu kinyamazuru bita Pénétration  Linguale. –  Umugore ashobora kuba kandi kuba ahagaze, umugabo nawe afukamye. Iyi ariko ntiyoroshe, eka n’ugushikira igihimba bits rugongo canke Clitoris ntibiheza ngo vyorohere umugabo. Isuku Isuku rikwiye ni ngombwa mu gihe muriko mushaka kurangura iryo banga, nimba mwumva mutizeye isuku mufise ni vyiza kugenda mukiyuhagira. Haraho ariko rero umugabo abandanya yumva ko akamoto Atari Keza naho umugore aba yoze, ni vyiza ko umugore yoca aba umugabo ko yokoresha yabigenewe -Lubrifiant – . Mu gihe c’ubutinyanka, c’uburumbuke birakunda ko Cunni gikorwa, kiretse mu gihe uba ufise umugera wa SIDA. Ariko hari abagabo bamwe bashobora kwumva ko bashishwe kubera ukubona amaraso, kandi n’ukubatahura. Aho rero umwe wese aca akora Ico ashoboye. Ingwara Naho SIDA yandurwa game biciye muri ico gikorwa c’ugufyeta igihimba c’irondoka c’umugore, izindi ngwara zozo ntizokugera umutwe. Muri Ico gihe agakingirizo ntaco kogufasha, inzira imwe yo nyene ihari n’ukwihangana mu gihe wanduye.
Menya Ibanga rikomeye ry’ivyishimo bidasanzwe mu gihe co gukora imibonano mpuzabitsina
Ingo nyinshi zirasambuka ndetse abandi bagahora bababaye kubera kutishimira imibonano mpuzabitsina n’abafasha babo, Ubushakashatsi bwerekanye ko imibonano mpuzabitsina ikora vyose, kuko ngo ishobora gutuma umuntu abaho ababaye canke yishimye igihe cose. Ariko ico tuzi neza nuko buri muntu wese ab’ashaka kubaho yishimye ubwo rero akaba ari nayo mpamvu nimba wahora ukora imibonano ukumva ataco bimaze, ukwiye kuja ukora ivyo tugiye kukubwira, kugirango usangire n’umufasha wawe ivyishimo bibonerwa mu mibonano mpuzabistina  1. Kugira ingengabihe Bamwe mububatse bapfa gukora imibonano mpuzabitsina igihe baboneye, yamara ni vyiza kugira ingengabihe yo gukora imibonano mpuzabistina kuko bifasha kuyitegura neza. Bifasha kubanza kwitegura bihagije mu mutwe ndetse no ku mubiri, Bituma buri wese ategura uko ari bube yambaye, udukuru twiza baganiraho n’uburyo baza gukoresha mukurangura ico gikorwa c’abubatse. 2. Kugara icumba Ni vyiza gufunga icumba muri gukoreramwo imibonano mpuzabitsina ngo hadahava hagira ikibakoroga,  Bituma mwumva mufise umutekano, Nimba mufise abana, ni vyiza kubanza kubaryamisha kandi mukamenya ko basinziriye, Iyo ari kumurangp, mugomba kubabuza gupfa kwinjira mu cumba, bakabanza kudodora.  3. Vuga kandi ugerageze guhindura uburyo mwahora mukoresha mugukora imibonano mpuzabistina  Hari abantu batinya kubwira abakunzi babo ahantu habashimisha iyo bari mu gikorwa n’ibindi bumva bibashimisha, Si vyiza kuko bituma utagera ku vyishimo nyavyo mu mibonano mpuzabitsina. Ni vyiza kandi guhindura uburyo mwari musanzwe mukoramwo imibonano mpuzabitsina kuko ushobora gusanga bumwe mutahora mukoresha ari bwo bwiza, ntugire isoni ryokuvuga wibaza ko umukunzi wawe yokeka ko uri indaya. Niyo utabikora akabona uwundi ubimukorera bizakubabaza, Gusohoka navyo bituma mwishimana kuko ahantu haba hahindutse bigatuma nimba mu rugo hatuma utishima,bihinduka. 4. Kuganira Nta mpamvu yo gukora imibonano mpuzabistina  munumye  kuko umwe ashobora kugirango washavuye, burigihe cose ja ushaka agakuru gasekeje canke k’urukundo kugirango hatagira uwumva ari wenyene, Akenshi usanga muri ibi biganiro ari ho umenyera ivyo umukunzi wawe akunda n’ivyo yanka.  5. Kureka kwitwaza impamvu zobabuza gukora imibonano mpuzabitsina Ugomba kureka kwitwaza impavu zose zotuma mudakora imibonano mpuzabistina . Muri zo twovuga nk’uburuhe, umutwe, n’ibindi,  Imibonano igabanya ububabare, itera gusinzira neza kandi irwanya n’umunaniro. 6. Kwitaho ukuntu ugaragara mu maso. Uko ugaragara mu maso y’umukunzi n’ikintu ca mbere kiryosha imibonano mpuzabistina, Aha turavuga cane ku myambarire uba wambeye, Abantu benshi bakunda kubona abakunzi babo bambaye uduhuzu tugaragaza imyanya ndangagitsina yabo, Kwisiga amavuta ahumurira neza umukunzi wawe bituma akwiyumvamwo kurushaho ubwo gerageza uburyo bwose ushoboye ubanze kwanza gushimisha ijisho ry’umukunzi wawe .
Iyi niyo mpamvu itangaje ituma abagabo bakunda gusinzira nyuma yo gukora...
Akenshi nyuma yo gukora imibonano mpuzabitsina, abagore baba bashaka kuganira n’uwo baryamanye canke bakabandanya bakora iyo mibonano ariko igitangaje cane nuko abagabo bo bashimishwa no guhita basinzira bakiryamira nta kindi kintu bitayeho ku buryo hari abagore bashobora gukeka ko badakunzwe n’umugabo bari kumwe mugukora ico gikorwa.  Ikipe y’abashakashatsi b’Abafaransa yayobowe na Dr Serge Stoléru yagaragaje ko nyuma y’imibonano mpuzabitsina, ubwonko bw’abagabo buhita buhindura imipango bugakenera kuruhuka vuba bityo bigatuma umubiri w’umugabo wose uhita ukenera kuruhuka ndetse yaja mu buriri agahita asinzira. Ibi aba bashakashatsi babigezeho nyuma yo gusuzuma ubwonko bw’abantu batandukanye mbere na nyuma yo gukora imibonano mpuzabitsina bakoresheje scanner bagasanga mu miterere y’umugabo, ibice bigize ubwonko ndetse n’ibibufasha gukora neza bihita bikenera kuruhuka nyuma y’ico gikorwa c’ivyishimo vy’umugabo abona mu mibonano mpuzabitsina. Dr Stoléru avuga ko ubu bushakashatsi ari inzira yo kugaragariza abagore ko ugucika intege kw’abagabo ari ivya bose nyuma y’imibonano mpuzabitsina, kandi abakunze kwibaza ko ari agasuzuguro canke kudakundwa nuwo bakorana imibonano mpuzabitsina ntaho bihuriye ; nk’uko tubikesha ikinyamakuru Top Santé
ibi ni bimwe mu bintu utazi bitera umugore kubura ubushake bwo...
Ibintu bitera umugore kubura ubushake bwo gukora imibonano mpuzabitsina bigenda bitandukana bitewe n’umuntu, gusa ahanini hari ibintu usanga bisa naho ari rusangi kuri bose akaba arivyo tugiye kubabwira hano.  1. Umunaniro canke uburuhe Iyo umugore akora cane ntabone umwanya wo kuruhuka, buri gihe akabonana n’umugabo wiwe arushe, ibi bituma ubushake bugenda bugabanuka. Twovuga nk’akarorero k’umugore yirirwa mu bikorwa bitandukanye vyo mu rugo, hanyuma yarangiza akita ku bana, mdetse agahera mu gitondo akora akageza kumugoroba, ibi rero bituma iyo ageze ku buriri yumva yokwisinzirira. Umugabo yamuzanaho ivyo kubonana akabikora atabishaka, rimwe na rimwe akabikora kugira ngo yirinde umugabo wiwe ntagire ico yovuga . 2. Guhora mu bintu bimwe Hari ukuntu abantu bafata imibonano mpuzabitsina nk’aho ari igikorwa burigihe gikorwa mu buryo bumwe ku masaha amwe. Ibi rero bituma umugore abimenyera ndetse yaja no kubonana n’umugabo wiwe ntagire ikintu yumva kuko ubwonko buba bwaramaze kumva ko ari vya bindi bagiye gusubiramwo. Uko agenda yumva arambiwe guhora mu bintu bimwe niko uburyohe bugenda bugabanuka agasigara atabwo yumva, bitamufasheho ndetse akumva ntanico bimubwiye. 3. Guhangayika Umugore uhora ahangayikiye akazi canke urugo rwiwe bituma ahora yiyunvira cane, ubwo rero usanga atabona umwanya wo kwiyunvira  ku buzima bw’imibonano mpuzabitsina, iyo agiye kubonana n’uwo bubakanye, burigihe we yama ariko ariyunvira imipango yiwe imuhangayikishije bityo ntaryoherwe n’igikorwa arimwo. 5. Imiti Imwe mu miti abagore bafata hari iyigenda imugabanyiriza ubushake bwimibonano mpuzabitsina bityo akazoshiduka atagishaka gukora imibonano mpuzabitsina, yayikora akumva atazi ivyo arimwo arakora. Ibi bishobora no kumubaho mu gihe aba anywa iyo miti ariko yayihagarika bigahera. 6. Kwiheba Kwiheba navyo bituma ubushake bw’umugore bugabanuka, kuko aba yumva ntakazoza kubuzima afise, yaratakaje umunezero ku buryo n’iyo akoze imibonano mpuzabitsina yumva atazi ico akoze kuko we ubwiwe aba yumva abayeho nabi, yararenzwe n’ibibazo nta kintu na kimwe kikimushimisha mu buzima bwe. 7. Kuvyara Bamwe mu bagore batinya kuvyara ku buryo iyo bavyaye hashira igihe batinya gukora imibonano mpuzabitsina n’abagabo kuko baba bumva ibinezaneza vy’umubiri vyaragabanutse batacipfuza abagabo bitewe n’uburibwe ndetse n’ububabare baba baragize mu gihe co kuvyara. Gusa ku bw’amahirwe, bo igihe runaka basubira mu buzima busanzwe, uburyohe bukagaruka. Ibi rero bigira ingaruka zitandukanye mu buzima bw’abubakanye harimqo no kuba batandukana kuko hari igihe umugabo ageramwo akarambirwa kubandanya kubana n’umuntu utakimwishimira canke ngo yishimire ivyo amukorera. Iki kibazo kandi gishobora gutera indyane zihoraho hagati y’abubakanye kuko baba basa n’abatagihuza. Abantu bahura n’iki kibazo rero, UBM News turabahanura ko boza baragerageza kuganira hagati yabo, guhindura bimwe mu vyo bagize akamenyero, guhindura uburyo umugabo yategura umugore we kandi akazana nibintu bishasha mu mibonano mpuzabitsina bakora.
Ese urashaka gukundwa n’abantu benshi ? ubu nuburyo wokoresha kugirango abantu...
Ikiyago kigizwe n’amajambo yuzuye urukundo (utujambo dusosa ni bumwe mu buryo bwifashishwa kugira ngo ushobore kunezereza uwukunda mu gihe muyaga kuko umutima ukunda uba ukeneye cane bene ayo majambo meza
Aha rero hari amwe mu majambo wobwira umukunzi wawe akanezerwa ariko ukoresheje umunwa wawe udakoresheje telefone canke inyandiko, kuko iyo wivugiye ijambo n’akanwa kawe bituma uwo uribwiye aryakirana umwizero.  Mu gihe ukoresha amajambo asosa, ubikore umutima uri hamwe, udatinya kuko utavyitondeye wosanga vyotuma uwo uyabwira abona ko uriko urabesha canke harico umuronderako. Hano hari amajambo amwe amwe yogufasha kuryohereza uwo ukunda, ukamunyurwisha ko umwemera kandi nawe bikamukomeza mu rukundo. Mu gihe muriko murayaga rimwe na rimwe umubwire uti : Ivyo nkora vyose ni ukugira nzobane nawe ubuzima bwanje bwose, Inzahabu zose na diyama ziri kw,isi ntivyogura urukundo umutima wanje ugufitiye. Ni jewe navukiye kuzokumara amosozi nkakuryohera ukagubwa neza nkakuzungurutsa mu murima wanje w’urukundo Urukundo rwawe rwarantwaye umutima. Nabaye nk’umusazi kubera wewe Sinshobora guhagarika ku kwiyumvira Sinshobora na rimwe gutera agahinda umutima wawe canke mu maso hawe ngo hareke gutemba ibitwenge bisubirira amosozi. Sinshaka kuvyuka kubera indoto nziza mbamwo hamwe nawe : Iyo turi kumwe numva ntekanye. Namaze kubona ibanga rikomeye muri wewe Ndakunda cane kuyaga nawe Ndakunda uburyo unkunda Nshimira Imana yo yakunzaniye mu buzima bwanje Ndipfuza kumarana nawe ubuzima bwanje bwose Ico ari co cose nzosabwa ngo mbandanye kugumana nawe nzogitanga. Naguhaye umutima wanje wose, umubiri wanje, n’ivyiyumviro vyanje vyose Nzojana nawe ku mpera z’isi mu gihe uzoba ukinkunda Sinshobora kukurutisha uyundi muntu uwariwe wese, amafaranga canke inzahabu. Nzopfuma nca mu bikomeye vyose ariko mbane nawe. Ndasaba Imana kugira ngo ikunzanire vuba hashoboka Nzokwitangira muri vyose nihagira igishaka kukubabaza Namba kugukunda ari icaha nzemera mbe umunyavyaha Nimba urukundo ari ubuhumyi sinipfuza kwongera kubona umuco w’umunsi Ubuzima ntagufise ni nko kuja kuryama warangiza ukarota nabi canke nturote neza Kugukunda ni nko kwibera muri paradizo canke mw’ijuru Kugukunda bindyohereza ubuzima Gukundana nawe vyatumye umutima wanje wuzura ivyishimo n’umunezero Umutima wanje uratemba amosozi iyo utari hafi yawo Ni wewe rukundo rwanje, uri umutima wanje ni nawe buzima bwanje Nta wundi muntu yonkunda nk’uko unkunda. Nta kintu na kimwe cohagarika urukundo rwanje Ooh rukundo rwanje uri mwiza kuri jewe Uburyo unyambira n’uburyo unsoma (kisses) ni ivy’agaciro kurusha inzahabu Kuyaga nawe ni nko kunywa ku muzabibu (Wine) uryohereye, ibi kandi nivyo nipfuza ibihe vyose Igihe tumarana ni nk’urukino rwiza amahera adashobora kugura Iyo turi kumwe ivyago vyanje vyose bica bihunga Iyo nkwitegereje nkubonamwo umuntu w’agaciro Amajambo ntabwo ahagije ngo ngusigurire ingene ndagukunda Ni wewe muganwakazi canke umuganwa w’umutima (prince) wanje. Uri indirimbo ituma umutima wanje uririmba Ni wewe nari naripfuje mu buzima bwanje Uri igice c’ubuzima bwanje gituma numva mbaye umuntu yuzuye Ni wewe mugabo canke mugore w’indoto zanje Ni wewe muntu anezereza cane namenye Nta kindi nkwipfuzako kitari urukundo, amahoro n’ivyishimo Watumye nuzura amahoro muri jewe Watumye niyumva nk’umuntu w’agaciro Ndumva nipfuza kugusoma kuva ku mutwe kugeza kw’ino Umfata nk’umuganwa canke umuganwakazi bigaca bituma ngukunda n’umutima wanje wose. Ni wewe muntu ugira imico n’imigenzo myiza nabonye kuva nabaho. Urukundo rwawe rumeze nk’ibuye rinini ridashobora kumeneka Urukundo rwawe ni rwiza sinshobora kwiyumvira kuja ahandi Iyo untwengeye utuma amosozi yanza mu maso asubira iyo avuye. Iyo unkojejeko intoke zawe numva ninjiye mu yindi si Bene aya majambo y’urukundo ni menshi ku buryo uwoyadondora atayaheza, ikindi kandi buri muntu wese agira ayiwe abwira umukunzi wiwe kuko buri wese agira uburyo bwiwe bwo gukundana. Urukundo rutagira amajambo meza barugereranya n’amata n’umurima w’amashurwe atavomereye kuko amajambo y’urukundo atuma umuntu ashobora kuvuga ikiri ku mutima, bigatuma kandi ubuzima buryoha bukamera neza Gerageza kubwira uwo ukunda amwe muri aya majambo kandi ntihazogire uguhenda ngo yanka kubwirwa amajambo meza kiretse iyo uvuga ibitandukanye kure n’uko umeze kandi uze ugerageze ubwire umukunzi wawe amajambo akuvuye ku mutima, ivyo bizotuma uwo ukunda yumva akunzwe kurusha abandi bose.
Izi nizo ngaruka utazi zibaho mu gihe ukunze umuntu cane ukamwimariramwo...
Mu rukundo, usanga akenshi na kenshi buri wese aba afise ico akurikiye ku muntu canke bakundana, hari bamwe usanga bafise ibintu bagenderaho ndetse n’inyungu bakurikiye mbere yo kwinjira mu rukundo aho usanga bamwe batangura kugira inzozi nyinshi kuvyo bifuza .Rimwe na rimwe rero iyo izi nzozi z’uwakunze canke uwankunze zitabaye vyo canke ntagere kuco yipfuza  usanga kenshi na kenshi yumvako adakunzwe canke  agatangura guhangayika, harigihe mbere  bamwe bibaviramwo no kwiyanka.  Benshi baba bipfuza kumenya uko umuntu yokwitwara kugirango igihe utageze ku co wipfuza kugeraho mu rukundo canke mugihe inzozi zitabaye nyazo nkuko ubishaka . Akenshi kubabara ndetse bivanze n’agahinda mu rukundo rutagenze uko wavyifuza, ntibiterwa  n’ikosa ry’urukundo ahubwo kenshi biterwa no kwiyunvira ko uwo ukunze yuko atita ku vyifuzo vyawe bityo ugasanga buri gihe wama uri mugahinda no kwihanganira amakosa yuwo wakunze. Umuti watanzwe kenshi ngo ni ukwiyumvisha ko uwo ukunda yuko atari we wenyene ahari kandi ko atazorangiza ivyo wifuza vyose bityo ntumuhe umwanya munini  ndetse n’ububasha burenze bwo kuba yotuma ubuzima bwawe bw’uzura umunezero canke agahinda. Nk’uko abahanga mu mibanire bakomeza kubitsindagira, ni kumenya ko uwo uriko uraha umutima wawe nawe ko ari umuntu bityo akaba afise ivyiza ndetse nibibi, ubwo rero ntiwumveko atakosa yokora kuko ibi bigufasha kwiyakira mu gihe yagukoreye ikosa iryo ariryo ryose. Urukundo rushobora kubabaza rukageza ndetse n’aho wunva umengo ntaco wokora kubera agahinda, ariko nubwo biruko uba ukwiye ku menya ko kira kintu yuko gifise intango hamwe niherezo, ubwo  ni vyiza buri gihe kwishiramwo mu mutwe no mu mutima ko ushobora kwishoboza ibintu bimwe na bimwe atawundi muntu abigufashijemwo .
Raba ibimenyetso vyerekana umugore ashaka umugabo we kw’amukorera imibonano ( sex...
Ni ibintu bisanzwe ko umugore akumbura umugabo we ndetse akagira ubushake bwo gukorana nawe imibonano Mpuzabitsina. Akenshi iyo umukobwa cangwa umugore yumva akeneye imibonano ntabasha kubimubwira mu majambo, ahubwo agerageza gukora ibimenyetso bishobora kumwereka ko akeneye ko bakora ico gikorwa.  Nk’ uko answer.com ibivuga, bimwe muvyo tugiye kubabwira ngo vyoba ari ibimenyetso vyerekana ko umugore ashaka umugabo. Umugore ukeneye imibonano asasa neza kandi umugabo agasanga mu cumba yahatunganyije, naburya ko umugabo wese atashe abanza kugera mu cumba guhindura imyambaro avanye ku kazi. Umugabo rero iyo ageze mu cumba aryamamwo n’umugore we akabona gishashe neza bimutera kumva ashatse kuryama n’ ubwo atoba yari yabiteguye. Umugore wahinduye indabo yiwe, ikimenyetso abantu b’ igitsina gore bakoresha cane yaba umukobwa cangwa umugore igihe yumva yipfuza umugabo ugasanga araba ateretse amaso ukuntu kuburyo iyo ndabo iri bukurure umugabo nawe akabona ko ari ngombwa. Iyo umugore akeneye umugabo atangura kumukorakora ku bice bitandukanye vy’ umubiri kandi akaraba ivyo akoraho umugabo akumva vuba kuburyo nawe bihita bimuzamwo naburya ko akenshi umugabo aba we yabishatse kare rimwe na rimwe agatangura no kukuryamaho.  Umugore ukeneye imibonano murugo rwe usanga acunga umugabo agiye kugera murugo agahita agerageza kwikoraho akambara uduhuzu dusa neza kandi tugaragaza ibice bimwe na bimwe vy’ umubiri we azi ko bishobora gukurura umugabo we. Ikindi ngo ni uko akenshi aho usanga umugore utegurira umugabo we ameza bidasanzwe kandi akaja kugaburira umugabo we yambaye kwa kundi twavuze haruguru, kugirango umugabo yishimire uburyo yateguriwe maze aze kuva ku meza yumva hari icahindutse mu mubiri. Ibi vyose ngo ni ibimenyetso bigaragaza ko umugore wawe yoba akwifuza ko mwogira ico mukorana. Ukibibona ugomba gutangura gutekereza kuco wokora, ariko ku rwaruka si ngombwa kuko bifise ingaruka nyinshi kuri rwo.
Gukundwa n’abakobwa benshi bisabwa ubundi bwenge ” Singombwa ngube uri mwiza...
Ushobora kwibaza ikintu bamwe mu bahungu bakora gituma abakobwa benshi babirukira , aho benshi mbere mu barundi baba hano muri Leta zunze ubumwe za America bibaza ko amahera yuko ari co gikoresho gikomeye mu kuba wobasha kwigarurira umukobwa, nyamara umurongo  wa ”  speakeseduction.com ” uraduha uburyo bworoheye buri wese mu gikorwa co gukurura inkumi yakoresha.  Nimba ubonye amahirwe yo guhura n’inkumi gerageza kuyiganiriza uyibaza utubazo tworoheje kandi tumuraba ariko nagera aho ashaka kukumenya ugerageze kubigarura kugirango bibafashe gukomeza ikiganiro, gusa wirinde kuvuga menshi no guhakana cane. Irinde kugaragaza ko umufitiye urukundo cane kugira ngo atabona ko warengeje akazibukira, ariko uko mugenda murushaho kumenyana utangure uze uramwereka kumukunda kuko bizotuma yibuka ko nawe uri umuntu nk’abandi. Nimba umugaragarije urukundo umufitiye, nyene ubwiwe akabibona ariko ntagire ico agusubiza canke akwereka , ibi bigaragaza ko wabikoze mugihe kitari co ubwo itonde hacemwo akandi gahe kugeza igihe uzabonera konawe vyatanguye kumujamwo, burya ikosa abahungu benshi bagira nigupfa gusaba umukobwa urukundo kandi batazi neza ibibazo aba yifitiye uwo mwanya ubu ugiye kumusaba ivyo gukundana”  Nyuma rero mubwire ko ukeneye ko mwosangirira hamwe nk’abagenzi ndetse ko hazaba hari n’abandi nka we, niyanka umugaragarize ko nta kibazo biguteye ko buriya arah’ikindi gihe, bizatuma yumva ko nta cari kivyihishije inyuma. Irinde guhora umwinginga ahubwo ubikore gake gake kandi bigaragare nk’ibintu utatekerejeho cane, ariko kandi ntibibure, bityo bizatuma yumva ko uri ingenzi kuko ukunda kumubwira ibimwubaka. Nubasha gukora ibi bintu mu gihe runaka bitewe nuko uwo ubikorera ateye, nta kabuza uzamwegukana kandi ngo ugomba no kongeraho kugaragaza yuko ufise agaciro ndetse wiyubaha.
Ibimenyetso vyakwereka ko umukunzi wawe ariko aragenda ahinduka buhoro buhoro.
Bijya bibaho ko ukundana n’umuntu igihe kikagera ntabe akikwiyumvamo ariko akabura uko abikubwira bitewe n’intera mwari mugezeho mu rukundo. Iki gihe rero hari ubwo ibimenyetso aribyo byivugira. Ni byiza rero kumenya no kugenzura imihindagurikire y’ibimenyetso by’umukunzi wawe. Dore ibyo bimenyetso byakwereka ko umukunzi wawe atakikwiyumvamo uko bisanzwe:  1. Kuba umukunzi wawe atakigira ubushake bwo kuvugana na we Ubusanzwe iyo ufite umuntu ukunda kandi wiyumvamo cyane, ntushobora gutuza utazi uko ameze, amakuru ye, aho ari n’ibindi nk’ibyo. Mu gihe rero umukunzi wawe ubona atagishishikajwe no kuvugana nawe byaba imbonankubone cyangwa kuri telefone, nyamuneka uzarusheho kugira amakenga. 2. Kuba atagishaka kukwereka no kukubwira ibyiyumviro bye Umuntu utakikwiyumvamo uzasanga adashobora kukubwira ko agukumbuye, ko agukunda, ko afite ibibazo… Mbese azaguha umwanya n’agaciro gake mu buzima bwe. 3. Ntakifuza kuba hamwe na we cyangwa kugendana na we Azagerageza kukwima umwanya wo kuba hamwe nawe ndetse nunagira ukundi ubigenza wenda ukamusanga nko ku kazi umutunguye uzabona ko atakwitayeho ndetse atanishimiye ko muri kumwe. 4. Uzabona atakikwisanzuraho nka mbere Niba usigaye ubona yikandagira imbere yawe ndetse anifata nk’umunyamahanga imbere yawe, wizuyaza tangira kubigiraho amakenga! Niba mwajyaga muganira mugatera urwenya mugaseka, azatangira kuvuga make rwose wumve ko atakiri umwe mwasekaga. 5. Uzabona atagishaka kuganira nawe ibiganiro byihariye by’abakundana Ibijyanye n’urukundo rwanyu cyangwa ahazaza harwo uzabona bitamushishikaje, nimujya no kubivugaho usange arashaka ko muhindura ibiganiro mukivugira iby’ubuzima rusange bisanzwe. 6.Azatangira kujya akwiyenzaho akomeza ibidakomeye Niba hari agakosa gato uguyemo uzumva yakagize karekare cyane ndetse adashaka no kumva ibisobanuro byawe. Uzabona kandi ko nta mbabazi cyangwa kukwihanganira akugaragariza, ahubwo ubone yakweretse ko udashobotse kandi wenda ari akantu gato. 7. Uzabona atakiguha agaciro mu maso ye Haba igihe muri kumwe ndetse no muri gahunda ategura, uzabona ko ataguha agaciro, akwereke ko atari ngombwa ko umenya gahunda azajyamo cyangwa ibikorwa ateganya imbere he, nimuba munari kumwe ubone ko atari kugufata nk’ufite agaciro imbere ye. 8. Uzabona atakigira ubushake bwo kukwiyegereza Niba akorera cyangwa atuye kure yawe, uzasanga ahorana impamvu na gahunda zitarangira zituma mudashobora kubonana, ndetse no kukwandikira no kuguhamagara abigabanye akwereka ko abura umwanya cyangwa ubushobozi. 9. Uzabona atagishaka ko bagenzi be, abavandimwe be n’ababyeyi be bamenya ko mukundana Niba musanzwe mukundana bizwi n’inshuti n’abavandimwe, uzasanga umuntu utakikwiyumvamo adashaka ko hari indi nshuti ye cyangwa abandi bagenzi be bamenya ko mukundana kandi n’abo azi basanzwe babizi ntazifuza ko babiganiraho cyangwa ngo bamubaze amakuru yawe. 10. Azagerageza kukwereka ko ntakitagenda ariko kuko bitamurimo azajya yivamo N’ubwo akwereka ibi bimenyetso byose, ntazashaka kukwereka ko hari ikitagenda ndetse nunamubaza azakubwira ko nta kibazo na gito gihari. Nk’uko umutima ukunda utajya wihishira ariko, n’umutima utagifitiye urukundo uwo wakundaga nawo ntiwakwihishira nyine nugira amakenga uzabona ko amazi atari yayandi.  Posted by UBM News in RWANDA
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibihuha ni vyinshi ku bagwaye ingwara ya coronavirus m’Uburundi
Kumbuga ngurukana bumenyi hariko haraca amakuru avuga ko m’Uburundi abagwayi bane boba bitavye Imana mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Bikavugwa kandi ko n’umukuru w’Inama nshingamateka nawene ari ku musego biturutse kur’iyo ngwara ya coronavirus yugarije isi yose.  Ayandi makuru nayo akavuga ko umupfasoni w’umukuru w’igihugu nawene yajanywe mu gihugu ca Kenya kwivuza iyo ngwara ibuza umuntu guhema harimwo n’ubushuhe. Abantu nabo bakaguma barungika ubutumwa ku mbuga ngurukana bumenyi bavuga imiti itandukanye yoshobora kuvura no gukinga iyo ngwara ya coronavirus. Ayo makuru rero akaba atarabeshuzwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu benshi bagiriza kutitaba kukamo baba batewe n’abagwayi bibonyeko ibimenyesto vya coronavirus. Inumero za telephone zatanzwe nyinshi zikaba zititaba. Ubwo bushikirangani bw’amagara y’abantu bukaba butaratanga inkuru zikwiye kurabo bagwayi bavugwa hamwe no kuriyo miti abantu bifashisha kugira bivure ingwara ya coronavirus.
Denise Nkurunziza yoba yajanwe muri Kenya kuvurwa Coronavirus
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba akandi yiteguriye gusohoka ku butegetsi, ariwe Denise Bucumi Nkurunziza, yajanwe mu gihugu ca Kenya inyuma yo kwandura umugera wa Coronavirus. Ibinyamakuru vya Kenya biremeza iyo nkuru ko Denise Nkurunziza yuriye indege ejo ku musi wa kane mwibanga ntangere ajanwe ku bitaro vyigenga biri muri kenya avurwe COVID-19. Ikinyamakuru kimwe kinavuga mbere ko nabakaozi bakorera ku kibuga c’indege ca Bujumbura batemerewe kwegera ku nyandiko za Bucumi Denise zo kuja muri Kenya.  Bikavurwa kandi ko yagiye ajanye n’aba garde-corps biwe batatu umwe muribo akaba yaranduye nawe uyo mugera wa Covid-19. Naho ayo makuru yagizwe ibanga ntangere, biraboneka ko ibinyamakuru vyo muri Kenya vyovyo vyaciye bibona icajanye Denise Bucumi mu gihugu ca Kenya ko ari ukwivuze Coronavirus. Umushiikiranganji Thadee Ndikumana naho yahakanye ko yagiye muri Kenya kwivuza Coronavirus ku wa 21 Rusama 2020, ibinyamakuru vya Kenya vyemeza ko yagiyeyo kwivuza Covid-19. Sources: 1. https://metropoltv.co.ke/2020/05/29/burundis-ex-first-lady-airlifted-to-kenya-after-contracting-covid-19/ 2. https://sonkonews.com/burundi-first-lady-airlifted-kenya-covid-19/ 3.https://citizentv.co.ke/news/burundi-first-lady-evacuated-to-kenya-after-contracting-covid-19-334094/
Abasenyeri bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020
Umugwi w’abasenyeri bo mu Burundi, CECAB, bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020.  CECAB ikabona ko naho amatora muri rusangi yabaye mu mutekano, hatabuze ibigenda nabi. CECAB iravuga ko hatabaye ugufata kumwe abakandida bahiganirwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu. “Turababajwe cane n’utunenge twinshi twabaye mu matora ku bijanye n’ubwigenge, umuco mu matora hamwe nukunganisha abahiganwe bose mu kubafata kumwe bitabaye”, niko Joachin Ntahondereye arongoye CECAB yamenyesheje. Ibindi abo basenyeri bavuga bitagenze neza mu matora ni uguhata abahagarariye amatora gusinya ku nzandiko za nyuma zivyavuye mu matora(proces verbaux, ugutora mu kibanza c’abapfuye hamwe n’impunzi hamwe no kuja gutorera abandi incuro nyinshi.  Ibindi umugwi w’abaseneyri uvuga ko bitagenze neza ni kuba hari abatora batoye incuro irenga imwe hamwe no kwirukana abari bahagarariye amatora bo mu mugambwe CNL nabandi hamwe no kubatera ubwoba bikozwe n’abategetsi batwara. Idini rya katolika mu Burundi rikaba ryari risanzwe rifitaniye umubano mubi na leta ya CNDD-FDD kuva mu matora yose yarenganye. Ubwo leta y’Uburundi iza kwishura gute kuri ibi birego vyashizwe ahabona na katolika?
#COVID-19: Umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye Coronavirus
Mu makuru ariko aca ku mbuga nguruakana bumenyi ataremezwa na leta y’Uburundi avuga ko umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye umugera wa Coronavirus. Mu makuru ashirwa ahabona n’ikinyamakuru SOS Media Burundi avuga ko umushikiramganji w’amagara y’Abantu, Thaddee Ndikumana, yoba yajanwe mu gihugu ca Kenya kugira avurwe mu buryo bwihuta kubera Coronavirus yoba yaranduye.  Aya makuru arahuye nayandi avugwa ko mu Burundi ubu hari abarwayi benshi ba Coronavirus naho leta y’Uburundi idashaka kubashira ahabona. Mu misi yahera harabaye iyirukanwa ry’abakozi bakorera Ishirahamwe ryitaho amagara y’Abantu mu Burundi,OMS, hakanavugwa ko hoba harabaye ukutabona kumwe kwa leta y’Uburundi ibijanye no kurwanya ikiza ca COVID-19 mu gihugu c’Uburundi. https://twitter.com/SOSMediasBDI/status/1265192155330547712?s=20 Abarundi baba mu gisagara ca Bujumbura na cane cane bobo barafise ubwoba cane kubera ico kiza bivugwa ko coba gikwiragiye mu bantu ariko kubera ibikoresho vyo gupima bidashika kuri bose ntibabimenye. Mu Burundi gushika ubu hamaze kwandura abantu COVID-19 bashika ku 42 mu barenga amajana atanu bamaze gupimwa mu gisagara ca Bujumbura gusa. Ariko rero , nta numwe mu Barundi baba mu gihugu hagati arigera apimwa umugera wa Coronavirus na cane abarundi baba ku mupaka uhana imbibe n’ibindi bihugu vyanduye cane nka Tanzania hamwe n’Uburundi.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibintu bidasanzwe wokorera umukunzi wawe bikamwereka ko umukunda vyukuri (Igice ca gatatu)
Nkuko twatangiye iyi nyigisho yacu ifite umutwe ugira uti :” Ibintu wakora kugirango ugaragarize uwo mwashakanye ko umukunda by’ukuri “ Mbere tuakaba twarabagejejeho ibice bibiri by’iyi nyigisho ,ubu tukaba tugiye gukomeza tugaruka ku gice cya gatatu cyayo . Muri iki gice cya gatatu turakomeza tureba ibindi bintu bituma abashakanye banezezanya kugira ngo urukundo rwabo rusangambe. Ni ngombwa ko bagira igihe cyihariye bari hamwe kuko buri wese akeneye ko abona undi amwitayeho amutega amatwi, kaba nabyise icyo umuntu yita “Guha uwo mwashakanye umwanya mwiza wihariye”. Guha uwo mwashakanye Umwanya mwiza wihariye bishaka kuvuga ko ugomba kugena igihe ukitarura ibintu byose n’ukuvuga utarangarijye mu kureba amafirime,umupira ,imiziki kuri Television,gufata umwanya wawe munini uri murugo wibereye kuri Machine (Raptop),kuri Telephone no mu bindi bishobora kurangaza umuntu. Ukwiriye gusobanukirwa ko igihe uri kuganira na mugenzi wawe warangajwe n’ibi twavuze haruguru mu ganira usa n’udahari kuko ubwenge n’ibitekerezo byawe biba byamaze gutwarwa n’ibyo uri kubona maze ibi bigatuma utabasha gusabana mu kiganiro n’uwo mwashakanye ari nayo mpamvu usabwa ko igihe ushaka gufata umwanya w’umwihariko wo kuganira nuwo mwashakanye ukwiye kwitarura ibi byose ,ukaba wamusohokana ahantu hatuje cyangwa mu kaganira ibi byose bizimije kugirango mubone uko murebana akajisho kur’urukundo uha mugenzi wawe. Bishaka kuvuga ko muzafata igihe cyo gutembera mugenda n’amaguru kandi muri babiri gusa cyangwa kujya kurira hanze muri Restaurant bijya kumera nk’iby’abantu bari muri Fiancaille ariko biratandukanye ku bashakanye kuko Abafiance buri umwe ashobora kuba afitiye undi isoni . Mu gihe mu bashakanye bo baba baganira bafite byinshi bunguranaho ibitekerezo ndetse rimwe na rimwe ubabonye aho akagira ngo intego yabo niyo gufata amafunguro ariko kuribo intego ntaba ariyo ahubwo aba ari ukugirango bahindure uruganiriro. Burya iyo umugabo yicaranye n’ umugore akamuha iminota 45 cyangwa isaha amwitayeho ari kumwumva bigira umumaro ukomeye kuko muri iyo minota niho mubasha kuvuganira ukuri kose ndetse mu kanaganira kw’iterambere ry’urugo rwanyu bityo abashakanye bakwiye kwiha intego yo kujya bafata umwanya bakaganira bituma urugo rwabo rukomera kandi rukazira amakimbirane kuko byose biba byacocewe mu ruganiriro. Ikindi umuti umwe ntabwo ushobora kuvura uburwayi bwose niyo mpamvu habaho imiti inyuranye cyangwa se ikaba imiti ivanze bakuye mu miti itandukanye. Akaba ari yo mpamvu njya gutangira icyigisho cya mbere nabaje kukubaza ibibazo bibiri nti”1. Mbese waba uzi ibikorwa by’urukundo uwo mwashakanye yagukorera bigatuma urushaho kumukunda ? 2. Mbese waba uzi ibikorwa by’urukundo wakorera uwo mwashakanye bigatuma anezerwa, akumva ko umukunda? Ikiryoshya urukundo n’uguha uwo mwashakanye igihe cyihariye ukamwumva umuhanze amaso kandi umutima wawe ndetse n’ibitekerezo biri kuri we kandi bakaba bari ahantu hatari ibirangaza. Nk’urugero mu gihe umupapa yicaye hasi muri salon ( kuri floor) basunika agapira n’ umwana w’ imyaka 2 ibitekerezo bye ntabwo biba biri ku umupira ahubwo biba biri kuri uwo mwana ariko mu gihe uwo mu papa yaba ari gusunika ako gapira abifatanya no kuvugira kuri Telephone icyo gihe ibitekerezo bye ntabwo biba biri kuri uwo mwana. Abagabo bamwe n’abagore babo bibwira ko bakoresha Igihe cyabo hamwe kuko baba mu inzu imwe, mu mwanya umwe ,mu masaha amwe ariko ntabwo baba bari kumwe kuko birasohobka ko waba ubana n’umuntu mu nzu ariko ukamwima umwanya kandi wowe utabizi kuko buri gihe iyo ashatse ko mu ganira uba ufite ibindi wibereyemo . Iyo umugabo ari kwandikira umugore ubutumwa bugufi (message) cyangwa kuvugana kuri Telephone ntabwo aba ari kumuha igihe cy’ ubuzima kuko aba atari gukoresha ubwenge kandi n ’ibitekerezo bye ntibiba biri kuri we. Gutanga umwanya wihariye kuwo mwashakanye ntabwo bivuga kuba muri hamwe mu koresha igihe cyanyu murebana mu maso gusa ahubwo ni ugukorera ikintu hamwe kandi ku buryo buri wese ibitekerezo bye biri kuwundi ntakindi kiri ku murangaza. Mu gihe umugabo n’ umugore bari gukinana Tennis, byerekana guhana Igihe kuri buri wese ntabwo biba ari ugushyira ibitekerezo kuri uwo mukino ahubwo biba biri ku gikorwa cyo gusangira igihe cyawe na mugenzi wawe. Ibyo kandi bigakurikirwa n’ibiganiro (communication) yerekana ko buri wese ari kwita kuri mugenzi we, kuko bose baba bari kunezererwa ko buri wese ari kumwe n’undi, kandi bose basa nkaho bari gukora ibintu bimwe. Iyo uwo mwashakanye anezezwa no ku muha umwanya wihariye bizagusaba nabwo kumenya uburyo muganira kuko akenshi bisaba ku mutega amatwi kandi ukamwereka ko uri kumva amarangamutima ye. Ndagirango muri iyi nyigisho nzaguhe ibintu bigera ku icumi bizagufasha muri icyo gihe. 1: Bizagusaba kumureba mu gihe ari kukuvugisha, ibitekerezo byawe ugomba kubiganisha kuri we. 2. Ntugashake kumva ibyo uwo mwashakanye ari kukubwira uri kwikorera ibindi: Iyo uri gukora ibindi ntushobora kuvana ibitekerezo byawe kuribyo ako kanya bizagusaba ku mu bwiza ukuri, ukamubwira uti: nibyo ndabona ko ushaka kuvugana najye ndabyishimiye ariko ndashaka kukumva neza. Kubera ibyo ntabwo nabikora kano kanya ariko ubaye ushobora kumpa iminota15 nkabirangiza. Ndaza kwicara hasi nkumve. Bamwe barabyubahiriza nta kibazo. 3.Genzura uko yitwara ari ku kubwira: hari igihe aba ari gukubita mu biganza bye, ari kurira, ugomba gukurikirana movement ari kuguha biza gufasha kumenya uko amerewe (feeling). Izindi nama nakugira igihe uzaba umaze kumenya ko uwo mwashakanye akunda guhabwa umwanya wihariye bizagusaba nabwo ibi bikurikirana:  Kujyana nawe gutembera mugenda n’ amaguru hafi yaho mutuye. .-Niba mutuye mu mujyi mushobora kujya gutembera muri city Park mushobora nabwo kujya ahantu hari rose garden mu kajya muvugana kumabara yayo ,ayo akunda ni impamvu yabyo. 4. Ushobora kubwira uwo mwashakanye ku kwandikira ibintu bigera kuri bingahe bikunda ku munezaza. Maze wihe intego yo kujya byibura ukora kimwe buri kwezi ku mezi atanu akurikirana. . Ugomba gutekereza ibintu mugenzi wawe bimunezeza kurushaho niyo kuri wowe byaba bitakunezeza cyane. Umubwire ko ushaka ko buri rimwe mu kwezi ushaka kuzajya ujyana nawe. Imana Ihe urugo rwanyu umugisha. Iri jambo muritegurirwa kandi mukarigezwaho na Rev./Ev. Eustache Nibintije, Umunyeshuri wa Patriots Bible University yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Tel: +14128718098 Email: estachenib@yahoo.com
Ibintu bidasanzwe wokorera umukunzi wawe bikamwereka ko umukunda vyukuri (Igice ca kabiri)
Mu gice cya mbere cy’iyi nkuru isobanura ibintu wakora mu kugaragariza uwo mwashakanye ko umukunda nyabyo, twari twagarutse ku mbaraga z’amagambo yo gushima mu kubaka urukundo rw’abashakanye. (SOMA IGICE CYA MBERE HANO: Ibintu wakora mu kugaragariza uwo mwashakanye ko umukunda nyabyo (Igice cya mbere). Muri iki gice cya kabiri turareba izindi ngingo za ngombwa mu kubaka urukundo n’imibanire myiza hagati y’abashakanye. Uretse amagambo yo gushimira hagati y’abashakanye, ikindi cy’ingenzi ku bashakanye ni ukuvuga amagambo meza kandi ukanamenya kuyavuga mu buryo bwiza, ukagenzura uririmi rwawe mu gihe ubwira uwo mwashakanye kuko abashakanye ari ngombwa kuvugana amagambo yuzuye urukundo, ari nayo mpamvu ubanza kugenzura amagambo ugiye kubwira mugenzi wawe kandi n’uburyo ugomba gukoresha mu kuyamubwira ukabwitondera kuko akenshi iyo utabyitondeye bishobora kugabanya ikigero cy’urukundo uwo mwashakanye agukunda cyangwa se bikagusenyera. Burya hari amagambo amwe ariko asobanurwa mu buryo butandukanye bitewe n’uburyo uyavuzemo. Urugero uvuze ngo Ndagukunda undi akavuga ngo Ndakwikundira, bijya gusobanura kimwe ariko ubibwirwa abona ko kimwe kirimo akarusho. Ikindi kandi amagambo avuzwe mu ijwi ryo hejuru cyangwa se amagambo agaya ntabwo agaragaza urukundo ahubwo aba yerekana kumucira urubanza cyangwa kumwereka ko yaciye inka amabere. Uburyo uvuga ubwira umugabo wawe cyangwa umugore wawe biba ari ngenzi cyane. Bibliya itubwira ko “amagambo yoroheje yegizayo uburakari”. Mu gihe umugabo wawe cyangwa umugore wawe yarakaye cyangwa afite ibyamutesheje umutwe (stress), ntukamwongerere umuriro ahubwo mubwize ijwi ryoroheje. Kandi niba hari icyo wakoze kibi kuri we, biragusaba kumusaba imbabazi kandi ukabyihana ubwawe ukanatera intambwe yo kumwegera ukamusaba imbabazi utitaye ku cyubahiro cyawe kuko ikiba kigamijwe ni ukurangiza icyo kibazo ntabwo ari ukwerekana uko wowe ubibona. Ibyo nibyo byerekana gukura mu rukundo. Urukundo ntabwo rugarura amakosa yashize kuko nta n’umwe umeze nka malayika. Muri buzima bw’abashakanye ntabwo igihe cyose dukora ibintu neza cyangwa mu buryo bwiza, ntabwo dushobora gusiba ibyashize ahubwo kimwe dushobora gukora ni ukwihana kandi tukemera ko atari byiza tugahanga amaso iby’ahazaza. Dushobora gusaba imbabazi kandi tukagerageza gukora ibitandukanye n’ibyashize mu gihe kiri imbere. Iyo umwe ahisemo ubutabera (Justice) kandi agashaka ko yisyhurwa ibyo yakorewe urukundo ruba rubaye ikidashoboka. Iyo umwe ahisemo kubabarira mugenzi we, urukundo rurakomeza kandi rukongera rukabyuka. “Kubabarira niyo nzira urukundo runyuramo”. Hari imvugo cyangwa intekerezo zigaragaza uko kutihangana no kutababarira, izo zikaba zisenya urugo mu buryo bworoshye. Muri izo twavugamo: ”Siniyumvisha ukuntu wabikoze, ndumva ntazabyibagirwa, ntushobora kumva uko wambabaje, Sinshobora gukomeza kubana nawe nibikomeza gutya; N’iyo wampfukamira gute sinzi ko nshobora kukubabarira…” Ayo magambo yose ntabwo ari amagambo y’urukundo, ikintu cy’ingenzi kandi cyiza ni ukureka ibyo byakubabaje bibi bikaba amateka. Nibyo byarabaye kandi byarakubabaje kandi biracyakubabaza ariko icy’ingenzi ni ukubisabira imbabazi kandi ugatanga izo mbabazi. Nk’uko nabivuze haruguru ntushobora gusiba ibyashize ariko ushobora kubyemera nk’amateka ntukomeze kubyubakiraho. Dukeneye guhitamo kubaho uyu munsi tubohotse kubyo twakoze ejo hashize. Kubabarira ntabwo ari uko wiyumvamo cyangwa umerewe ahubwo KUBABARIRA nicyo usabwa gukora nk’uko ijambo ry’Imana ribivuga. Ni uguhitamo kwerekana impuhwe ntabwo ari ukugumana ibyo wakorewe ubikoresha mu guhangana n’uwabigukorereye. Kubabarira ni uburyo bwo kwerekana urukundo ugira uti: (Ndagukunda , I love you, Je t’ aime, Nakupenda.) bishaka kuvuga ngo “Nkwitayeho kandi mpisemo kukubabarira, ntabwo nzongera kwemera ko bigaruka kuri twe, ndizera ko ibi bitubayeho tuzabyigiraho, ntabwo waciye inka amabere kubera biriya byatubayeho. Uri umutware wanjye cyangwa se uri umufasha wanjye kandi twese tugiye gukora urugendo rushya duhereye hano” Iri jambo muritegurirwa kandi mukarigezwaho na Rev./Ev. Eustache Nibintije, Umunyeshuri wa Patriots Bible University yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Tel: +14128718098Email: estachenib@yahoo.com
Ibintu bidasanzwe wokorera umukunzi wawe bikamwereka ko umukunda vyukuri (Igice ca mbere )
Muri Bibiliya, mu gitabo cy’Imigani mu gice cya 18 ku murongo wa 22, hasobanura neza uburyo umugabo ubonye umugore mwiza aba agize umugisha utangaje agabiwe n’Imana ishobora byose. Hagira hati “Ubonye umugore mwiza aba abonye umugisha ahawe n’Uwiteka.”  Ijambo ry’Imana rimaze kutubwira ko ubonye umugore mwiza (uwo mwashanye mwiza) uba ubonye umugisha uhawe n’Imana. Ndashaka kubanza kuvuga kuri ririya jambo rivuga ngo “Uba ubonye umugisha uhawe n’Imana”. Nkunze kubwira abakristo ko kubona umugisha atari cyo gitangaza ko ahubwo igitangaza ari “icyo uza gukoresha uwo mugisha uhawe” cyangwa uko uzafata neza uwo mugisha wahawe. Abantu benshi bumva ko iyo uhawe umugisha biba birangiye ariko si ko bimeze kuko ugomba kumenya uko ufata neza uwo mugisha bitaba ibyo wa mugisha ukaba wakuviramo guhangayika. Niyo mpamvu uba ukwiriye kwegera Imana ukanayisaba ubwenge bwo gukoresha kugira ngo uwo mugisha utaguhindukira ibindi. Uyu munsi nk’uko bamwe mwabisabye tugiye gutangirana urugendo rwo kureba uko wafata neza uwo mugisha. Ndakwizeza ko nuramuka ukurikiranye iyi nama neza bizaguhindura ubuzima bwawe ndetse n’ imico yawe mu rugo rwawe. Ndabikubwira, kubera ko aho ntangiriye kwiga iyi program ( Christian Counseling) byahinduye ubuzima bwanjye ndetse n’ imico yanjye. Reka ntagire nkubaza ibi bibazo: 1. Mbese waba uzi ibikorwa by’urukundo uwo mwashakanye yagukorera bigatuma urushaho kumukunda ? 2. Mbese waba uzi ibikorwa by’urukundo wakorera uwo mwashakanye bigatuma anezerwa, akumva ko umukunda? Abantu bashakanye (umugabo n’umugore) bashobora kuba babanye neza kandi bakundanye ariko bakaba batazi uburyo bashobora kwerekana urukundo umwe akunda mugenzi we mu buryo bwiza. Muri iki gice cya mbere cy’inyigisho yerekana ibintu by’ibanze by’uburyo bwo kugaragariza uwo mwashakanye urukundo, turibanda ku ngingo ijyanye n’imbagara z’amagambo yo gushima hagati y’abakundanye. IMBARAGA Z’AMAGAMBO YO GUSHIMA MU KUBAKA URUKUNDO RW’ABASHAKANYE Ni ngombwa gukoresha amagambo yo gushima umugore wawe cyangwa se umugabo wawe. Ushobora kuba uyakoresha ariko ukayakoresha mu buryo busanzwe ariko si ko bimeze hari ubundi buryo ukoresha bujyane n’ amarangamutima yo mu buryo bw’ urukundo. Imigani 18:20, 21 hagira hati: “Ururimi rwiza ni rwo ruhaza inda y’umuntu, Kandi amagambo meza yunguka ni yo amuhesha guhaga. Ururimi ni rwo rwica kandi ni rwo rukiza, Abarukunda bazatungwa n’icyo ruzana.” Mu nzira yo kwerekana amarangamutima ni ugukoresha amagambo yubaka atari amagambo asenya. Salomon wanditse igitabo cyuzuyemo ubwenge bwinshi yanditse avuga ko “ururimi rufite imbaraga zitanga ubuzima cyangwa urupfu”. Iyo witegereje mu bantu bashakanye cyangwa abitegura kurushinga, usanga bamwe batarize ibijyanye n’izo mbaraga zitanga ubuzima cyangwa zikica, ziboneka mu magambo yo gushima umwe ku wundi. Gushima bifite imbaraga nyinshi mu bwumvikane hagati y’umugabo n’umugore. Hari amagambo agezweho kandi afite imbaraga mu gushima. Urugero nko kumushima ko yambaye neza kandi ko yaberewe, kumwereka ko wanezerewe uburyo yagufashije kurangiza inshingano zawe, (urugero yagutwaye ku kazi kandi wari usanzwe utega bus), kugufasha uturimo two mu rugo, ndetse ushobora kumushimira ko yanarangije inshingano afite murugo, nko kurihaa inzu niba mukodesha, kwishyura umuriro se niba muwufite munzu yanyu, kumushima ko yatetse neza, ko mu nzu hatunganyije neza (urugero nko muri salon cyangwa mu gitanda), ko abana bafite isuku, n’ibindi byinshi. Usanzwe intego y’urukundo ntabwo ari ukubona ibintu ushaka, ahubwo nI uburyo ukora ikintu mu buryo bwiza ku muntu ukunda. Niyo mpamvu iyo wakiriye Amagambo meza yo gushima bikongerera imbaraga zo gukora ibindi bikorwa ku wo mwashakanye. Kwongerera mugenzi wawe intege abenshi birabagora cyane kandi ari ikintu cy’ingenzi ku bashakanye. Ntabwo ari amagambo yo kumushima gusa, ugomba no kumubwira amagambo amwongerera ibitekerezo mu mirimo akora kuko bituma agira umurava mu akazi akora ka buri munsi atari ukumuca intege cyangwa kumuhatira ibyo wowe ushaka ko akora. Ahangaha usanga abenshi bakoresha amagambo yo kunenga cyangwa amagambo yerekana ko mugenzi we ari we nyirabayazana iyo ibintu bitagenze neza. Ntangira nakubwiye ko ushobora kuba ubikora ariko ukaba ubikora mu buryo busanzwe atari mu buryo bwo kumugaragariza amarangamutima y’urukundo umufitiye. Iri jambo muritegurirwa kandi mukarigezwaho na Rev./Ev. Eustache Nibintije, Umunyeshuri wa Patriots Bible University yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Tel: +14128718098Email: estachenib@yahoo.com
Kutabona ubutinyanka bwawe igihe kirekire yoba ari ingwara ?
Kutaja mu butinyanka biratesha umutwe, cane cane iyo uziko ata mabanga mpuzabitsina wakoze kugira hoho wiyumvire ko woba wasamye. Turashobora kuvuga ko kutaja mu butinyanaka biba ikibazo iyo haheze amezi arenga 3 utarabona ubutinyanka bwawe. Kubwa Muganga yanonosoye kuvura ingwara z’abakenyezi Minani Pierre Gerard, iyo ngorane ubwayo singwara. Ni ikimenyesto c’izindi ngwara. Turetse abakenyezi bakuze baciye imvyaro, umugore akiri muto ica mbere kimubuza kuja mu butinyanka n’uko aba yasamye, bitabaye ivyo rero biba ari ikimenyetso c’izindi ngwara. Nk’ubu nk’akarorero nk’umukobwa yagwaye igituntu co mu gitereko birashika igitereko kikononekara naho inkabuzo ziba zikwiye ntaje mu butinyanka. Igitereko kirafise ubwakiriro aho rero hubwakirro birashika  iyo wagwaye igituntu canke bilaliziyoze canke iyindi ngwara isinzikaza bikonona igitereko cawe. Ikindi kiri mu bituma umukenyezi ataja mu butinyanka ni igihe iyo umugore yakoroye inda canke akavyara akava amaraso menshi bakamukoropa cane igitereko ciwe kimererwa nabi, ivyo rero biratuma umukobwa atabona ubutinyanka ukwo ukwezi guheze. Hari n’igihe umukenyezi amara nimyaka nk’ine canke itanu ataja mu butinyanka. Biranagoye no kuvura n’uko ubu bisigaye bisa n’ivyaheze batakibigirira abakenyezi bibarutse. Umugore agandaye, ababaye yabuze umuntu nawe nyene arashobora kubura ubutinyanka bwiwe. Abakenyezi bonze, abagira ikarashishi nyinshi cane birabashikira, mugabo bagabanije bigasubira bikaja ku murongo. Hariho n’izindi ngwara z’abakenyezi zifata udusaho tw’imbuto, ivyo barabivukana aho usanga abo bakenyezi muribo bafise inkabuzo zo kugwara ingwara y’igisukari abo rero baronka ubutinyanka butandukanye gose, amaraso akayabona haheze nk’amezi atandatu aje naho akamara nk’idwi zitatu. Ni ingwara ibabaza, barabivukana ntibavyandura ni mvukanwa. Muganga rero arabandanya ati hambavu y’ivyo rero, hari n’izindi ngwara zituma umukenyezi ataja mu butinyanka biva kugwara akenshi ziva ku nkabuzo zo mu mutwe, hari n’igihe rero tutaronka insiguro nyayo vy’ukuri tutaba tubona neza ico vyavuyeko. Umukenyezi yitura Muganga ryari? Ubutinyanka ni nk’umuzingi uguma uzunguruka uva ku bintu vyinshi, ku nkabuzo zo mumutwe, zo kudusaho tw’imbuto, n’ibindi. Ica mbere n’uko namba wahora ubona umuzingi wawe ukora neza ukaba waja mu butinyanka neza ukabona uransimvye uraja kwa muganga ukaraba ko atari imbanyi, ica kabiri hari abakenyezi uwo muzingi urenga mugabo biza buri mezi abiri naho nyene ni sawa mu gihe biza ku gihe. Abandi baba bafise umuziringi uhindagurika usanga biva ku kabonge canke imyitwarariko ashitse kwa muganga baraheza bakabarungika kuri barya baba barize ivy’inyifato. Ni ibisazwe hari igihe vyiheza wa muzingi ugasubira ukaja ku murongo, uko bigenda kwose ni ngombwa ko umukenyezi aja kwa muganga. Umuntu afise iyo ngorane arasama? Umuntu ataja mu butinyanka nta wa munsi twovuga urubuto rw’umugabo ruhura n’urwumugore uheza ngo uboneke mu yandi majambo ntavyo twita “Ovulation” biba. Keshi umuzingi umara hafi ukwezi n’iminsi 28 hanyuma ubutinyanka bukamara hagati y’iminsi 3 n’iminsi 6 iyugiye munsi canke ukarenza ni ingorane haraheza rero hakaba ico twita “ovulation” hagati y’uyo muzingi barya baja mu butinyanka rimwe mu mwaka biragoye ko bagira ico bita “ovulation”. Si ukuvuga ko batazovyara mugabo biragora no guharura aho yosamira. “Abakanyezi rero basazwe babona amaraso bisanzwe, umuzingi wabo uzunguruka neza, hanyuma akabona bukwi na bukwi birahagaze uwo araza kwa muganga tugaheza tukaraba ico vyavuyeko muga rero hari n’abandi rero baba baravutse bameze gutyo  ugasanga uhereye mu buto bwabo babona amaraso gake abo rero nabo baragoye kuvura, barashobora gusama muga batevye canke naho bakabafasha mu kubaha inkabuzo zituma haba ovulation agaheza agasama.”, uko niko Muganga MINANI Pierre Gerard yanonosoye kuvura ingwara z’abakenyezi abishikiriza. Barabivura bigakira? Nk’uko twabibonye biravana nico biba vyavuyeko. Kubwa Muganga Minani, aho bidashoboka ko bavura ni igihe umukenyezi aba yavutse adafise igitereko kuko nayo nyene ni iyindi ngorane ituma umukobwa atabona ubutinyanka. Aho rero bimeze gutyo  ngo ntawukosora Imana. Muganga aranginza atera akamo abakenyezi ko mu kwirinda iyo ngorane ko ari kugira ubuzima bwiza umuntu agafungura neza akagira ikarashishi, ukinonora imitsi mugabo ntiwibabaze. Ikindi nuko iyo ngorane abakenyezi batoyifata minenerwe, umukenyezi ataja mu butinyanka ni ukuvuga ko ata “Ovulation” ib. Umukeyezi abonye bimushikiye bitahora bimushikira yonyarukira kwa muganga bakamurabira icabitumye gutyo ingorane igahera.
Ngizi hano Position 4 zidasanzwe zogufasha gushimisha umukunzi wawe (+18 )
Mu gihe mu makuru yacu aheruka twababwiye uko wokora igikorwa mu kinyamazuri bita cunniling canke cunni, aho ari ukwonka canke ugufyeta igihimba c’irondoka c’umugore mu ntumbero yo kumuryohera. Uno musi tugaruka kuri zimwe muri Position zobafasha kurangura neza ico gikorwa.  Izo position zimwe ni nk’izo : – Umugore ashobora kuba agaramye, amaguru apfunyije canke yaguye. Umugabo canke uwo bagira barangurane iryo banga nawe aba afukamye, umutwe uri mu maguru. Iyo ni Position abantu Bose basanzwe bakoresha. –  Position 69 : Iyo umugabo n’umugore baba bari muzungu wa ine, umwe wese aba afise umutwe wiwe uri mu maguru ya mugenziwe. Muri ico gihe uburyohe buraheza bugasangirwa kuko ic’umwe aba ariko akorera uwundi n’uwundi Nico aba ariko aramukorera. – Umugore ashobora kandi kuba yicaye hejuru y’isura y’umugabo, aho naho rero hakaba hashobora kuba ukwinjira kw’ururimi mu gihimba c’irondoka, mu kinyamazuru bita Pénétration  Linguale. –  Umugore ashobora kuba kandi kuba ahagaze, umugabo nawe afukamye. Iyi ariko ntiyoroshe, eka n’ugushikira igihimba bits rugongo canke Clitoris ntibiheza ngo vyorohere umugabo. Isuku Isuku rikwiye ni ngombwa mu gihe muriko mushaka kurangura iryo banga, nimba mwumva mutizeye isuku mufise ni vyiza kugenda mukiyuhagira. Haraho ariko rero umugabo abandanya yumva ko akamoto Atari Keza naho umugore aba yoze, ni vyiza ko umugore yoca aba umugabo ko yokoresha yabigenewe -Lubrifiant – . Mu gihe c’ubutinyanka, c’uburumbuke birakunda ko Cunni gikorwa, kiretse mu gihe uba ufise umugera wa SIDA. Ariko hari abagabo bamwe bashobora kwumva ko bashishwe kubera ukubona amaraso, kandi n’ukubatahura. Aho rero umwe wese aca akora Ico ashoboye. Ingwara Naho SIDA yandurwa game biciye muri ico gikorwa c’ugufyeta igihimba c’irondoka c’umugore, izindi ngwara zozo ntizokugera umutwe. Muri Ico gihe agakingirizo ntaco kogufasha, inzira imwe yo nyene ihari n’ukwihangana mu gihe wanduye.
Menya hano bimwe muvyerekana ko umukobwa yakunze umuhungu
Abantu birabagora kumenya ko umuntu kanaka agukunda, ariko iyo umukobwa yakunze umuhungu hariho ibintu bimwe bimwe umuhungu ashobora kubibonera ko. Ibi tugira tubabwire aha munsi vyogufasha kumenya ko umukobwa ari umugenzi asanzwe canke ko agukunda ariko agatinya kubikubwira.  1) Umukobwa iyo yakunze umuhungu amuvuga kenshi iyo ari kumwe n’abandi akagomba kubumvisha ko uwo muhungu adasanzwe ivyo abigira ariko agerageza kunyegeza ko amukunda. 2) Ashaka ko yogumana n’uwo muhungu, aho naho ararondera ikintu cose cotuma babonana. Hari abahitamwo kwigwaza kugira uwo muhungu aje kumusuhuza, canke iyo afise amahera agasohokana uwo muhungu. 3) Ntashaka kwumva canke kubona uwo muhungu amerewe nabi, amwiyegereza cane kandi akanashaka kumenya vyinshi bijanye n’ubuzima bwiwe. Ashobora kubaza amazina y’abo bavukana n’ay’abavyeyi canke izindi ncuti.  4) Ntashimishwa no kubona canke kwumva ko hari abandi bakobwa bazinanye canke afise uwo bakundana. Umuhungu avuze neza uwundi mukobwa wawundi biramushavuza, kenshi na kenshi haraho aca amuvuga nabi kugira agati gacurike amwikuremwo. 5) Ica nyuma cibonekeza cane, n’uko uwo mukobwa akunda kukuraba cane. Ari nko mw’ishuri, mw’isengero canke iyo muri mu bantu benshi aguma akuraba. Aragerageza akaja ahantu ashobora kuguma akubona. 6) Abarundi bati :” Amaso akunda ntabona neza”. Umukobwa yakunze umuhungu ntiyigera abona ikosa na rimwe, abona ko atawundi muhungu mwiza abaho atari we. Naho hogira uwumuvuga nabi, abona ko ari ukumwanka.
Raba hano uburyo 6 abakobwa bakunda kubesha abo bakundana! ese nawe...
Ububeshi mu mu mubano w’abakundana ntibwigera bubura, ariko hari bimwe mu binyoma vyoroheje abakobwa canke abagore bakunda kubesha, ndetse ni ibinyoma bibabangukira cane gukoresha, ibi binyoma akabibesha cane cane umugabo bakundana canke ku mugabo uri kumusaba ko bosohokana.  1.Ndi mu kwezi  Sinkeka ko hari umugore canke umukobwa adakunzwe kubesha yitwaje iki kinyoma, yitwaza ko ari mu kwezi nk’impamvu ituma atokora imibonano mpuzabitsina, ariko mu vyukuri ntabwo akenshi aruko aba ari mu mihango ahubwo ni ukubera ko muri uwo mwanya aba yunva adashaka gukora imibonano mpuzabitsina, canke hariho izindi nyungu ziwe bwite zitari izo gukorana imibonano mpuzabitsina. 2.Mu munota umwe nza kuba mpejeje Umunota umwe uvamwo isaha,iki naco ni kimwe mu binyoma abagore bakunze kugira ; vyo uba ukeneye kugaragara neza, ndetse uba ukeneye kwisiga ukanogereza ndetse uba ukeneye no kwiborosa ubundi amenyo agaca, bityo gerageza umenye ko bibangama cane, ibi rero warukwiye kubikora mbere kuko gahunda uba uyizi. 3. Nta Telefone nfise Mbabwije ukuri iki n’ikinyoma buri mukobwa wese abesha kenshi,iki kinyoma ubundi abakobwa bakunze kukibesha umusore batishimira ariko abenshi ntabwo bakoresha iki kinyoma babishaka ahubwo ni ukugira ngo bace intege abo basore batishimira maze bareke kubiruka inyuma.  4. Ntabwo nshavuye Iki naco kirakunzwe cane muri ibi bihe n’abakobwa,wewe uba ubona mu maso yiwe ko yarakaye, isura yiwe yahindutse, ariko umubajije impanvu yashavuye akakubwira ngo ntabwo yarakaye. 5.Ntabwo nigeze numva telephone isona Iyo umugore canke umukobwa yarambiwe n’umugabo wiwe canke iyo hari umuhungu amutesha umutwe adashaka, iki nico kinyoma amubwira, akenshi aba yumvise Telefone isona ariko ntashake kuyitaba, ahubwo agahita ayishira muri Silent. 6. Ntabwo niyunvamwo ivyo gukundana murino minsi. Iyo umusavye ko mwokundana agusubiza ko adashaka gukundana ndetse akaguha nubusobanuro ngo butuma adashaka gukundana, akakubwira ko adakeneye abahungu bamushira mu ngorane canke ko adakeneye umuntu womububabaza, hari naho akubwira ko akija kwishure rimwe na rimwe azogusubiza aya majambo “ntabwo mbishaka mugenzi”ariko ukuri nimba umukobwa nta mukunzi wundi afise aramukeneye, bityo noiyakubwira gutya ntugacike intege ahubwo uje ukomeze umuhatirize,ayo mahirwe se yoyakurahe yo kubana nawe.
Akwereka urukundo, Akagukorera ivyiza vyinshi cane ariko igitangaje wewe ntumukunda, Menya...
Nta wundi mukunzi ufise, ariko ufise umuntu agukunda cane ndetse yama abikubwira burigihe. Aragusohokana ndetse akaguha ibintu vyinshi vyiza, burigihe yama agukorera  ivyiza gusa, akakuba hafi ndetse akanagufasha mu bibazo vyawe vyose.  Ubiravye ubona ari umwana mwiza, agira umutima mwiza kandi bene wanyu bose baramuzi kandi baramukunda. Wewe ubwawe niwe utamukunda, ugerageza no kumwishiramwo bikanka, wumva umukunze nk’incuti isanzwe ariko kumufata nk’umukunzi no kumugirira rwa rukundo rubayabaye bikanka. Iyo murikumwe ntumwibonamwo naho agukorera ivyiza vyinshi ariko ntagaciro ubiha kuko umufata nk’umuntu usanzwe, Iyo umwiyunviriyeko umuravye ntabwo umubona nk’umukunzi wukuri agukwiye wipfuje kuva kera, bigatuma utamukunda cane nkuko vyategerezwa kuba. Ese wovyitwaramwo gute? kuvyukuri ibi birabaho kandi si wewe wenyene vyoba bibayeho. Urukundo niko rumeze, rimwe na rimwe ruza aho rushatse ndetse harigihe ruba nk’ impumyi. Iciza wokora nuko womuha umwanya akakwereka urukundo rwiwe buhoro buhoro, utavyitsindagiyemwo, utabishizemwo inguvu kuko bizizana aho uzosanga umukunda cane!
Raba ibimenyetso 10 bitangaje bizokwereka yuko umukobwa yipfuza ko mukundana
Gukunda no gukundwa ni ibintu vyizana, kandi ntawe bitabaho muri iyisi dutuyeho, yaba awushaje canke uwukiri muto. Gusa ikigora benshi ni ukumenya nimba hari umuntu ukwitayeho canke ugukunda ngo mube mwahuza ivyiyunviro, burigihe cose Nubona rero ibimenyetso bimeze nkabino tugiye kukubwira, ntuze uzebe ngo ube nkabana.  Umukobwa yagukunze ntiyipfuza kukubona ubabaye narimwe, bityo bigatuma yumva yokubwira amajambo agushimisha, kugira ngo akubone utwenga. Usanga kandi iyo yinjiye aho uri, murebana agatwenga, ndetse kuburyo iyo muriko muraganira acishamwo agaseka ku tuntu tumwe na tumwe muba muganira, ngo akwereke ko akwitayeho cane. 2. Akunda kukuraba cane Amaso burya ni igice c’umubiri kidasanzwe, kuko gitanga ubutumwa bwinshi mu bwonko bw’umuntu. Mu gihe rero umukobwa azoba yagukunze azohora ashaka kukwitegereza, cane cane nkiyo umuciye hamande, iyo muri kumwe muganira, iyo mwahuriye nko mu birori, canke ahandi hose hahuza abantu benshi. Cane cane nushaka kumuraba uzobona ko muzaja mukunda guhuza amaso kenshi, agasa nkuwijijisha akaraba hirya. 3. Ibimenyetso vy’umubiri Ibimenyetso vy’umubiri bikunda kuvuga ibintu vyinshi, ariko si abantu benshi bakunze kubisobanukirwa. Nubona umukobwa muhuye cangwa yinjiye ahantu uri akakwicira akajisho atavuze, akagukubita agashi, akagukora mu mugongo, akakwicara iruhande, n’ibindi vyinshi, uje umenya ko hari ikintu kidasanzwe arimwo kukwereka. 4. Akunda kukuvuga Mu vyukuri nta mukobwa utagira abo bagendana (group), iyo bari kumwe rero bakunda kuganira ibintu vyinshi, cane cane ntibashobora gutandukana batavuze ku ngingo y’abasore, baba incuti zabo canke abo bakorana. Iyo bateruye ico kiganiro rero, usanga umukobwa wagupfiriye ahora agutangaho ingero muri bagenzi biwe, ico bavuze cose akagisanisha nawe. 5. Azogusaba ko musohokana Ushobora kuba wari incuti n’umukobwa bisanzwe, mukorana , mwigana, cangwa hari ibindi bintu vyinshi muhuriramwo, vyazogera aho, ukumva atanguye kuja agusaba ko mwasohoka mwenyene, mu vyukuri aba ashaka ko hari ico mwazaganiraho mwiherereye mutari ahantu hari urwamo. 6. Azokoresha uko ashoboye mube kumwe Burya iyo ukunda umuntu ubawunva mwahora muri kumwe cane. Umukobwa rero iyo yakwikundiye, akoresha ibishoboka vyose akaja aba ari aho nawe ukunda kuja, kandi mukaza kubonana. Urugero, nkiyo ukunda kuja gutamba, kuraba umupira se, n’ahandi, usanga akunda kuhaza, kandi abagenzi biwe bataha ariko nyene ubwiwe agasigarana nawe, mukavugana ho amajambo make gusa, akitahira. 7. Azokubwira ko Akunda Imico Yawe Umukobwa nakubwira ko yikundira imico yawe, mbese nk’ukuntu ugenda, useka, ijwi, ubwitonzi, kwambara se, n’utundi tuntu twinshi tukwerekeyeho, azoba akubwiye ko agukunda. Nibwo buryo bwe azoba akoresheje kugira ngo akwereke ko yagukunze. 8. Akwereka ko akwitayeho Burya umukobwa wagukunze, aba ashaka kukwereka ko ariwe muntu ukwitayeho kurusha abandi. Nkiyo murikumwe na bagenzi banyu, usanga akunganira mu bintu vyose uvuga, bakubaza nk’ikibazo nawe akagushigikira, wavuga ikintu akakunganira, kandi akagerageza kwereka abandi ko uvuze ibintu bifise akamaro. 9. Akunda kukugira Inama z’Ubuzima Nimba umukobwa yarakubengutse uzaja wumva arimwo kukugira inama z’ubuzima, akwereka ico wokora ngo witeze imbere n’ico utagomba gukora. Ibi kandi nta mwanya munini bizomutwara, kuko azabikubwira igihe muzoba muganira. 10. Aragufuhira Gufuha ni ibintu bigirwa na benshi, cane cane iyo bakundana, kandi usanga umuntu ufuhira uwundi aba amukunda koko vy’ukuri. Iyo umukobwa rero mumaze kumenyerana, muganira bisanzwe, ushobora kutamenya ko yagukunze. Ariko nubona akunda kukubaza nimba umukobwa runaka ari inshuti yawe, cangwa akakubaza ico upanga n’umukobwa yigeze kubabonana, uzamenye ko burya atabikunda, ahubwo aba ashaka ko ari we wenyene wakwikundira. Ibimenyetso ni vyinshi ntawobivuga ngo abirangize, ariko ibi nivyo bikunda kugaruka mu buzima bwa burimunsi. Nubona rero hari umukobwa bigaragayeho, wewe musore ntuzobe umwana nimba ufise gahunda yo gushaka incuti, kuko ntiwategereza ko azagusaba ubucuti. Burya imico y’ibihugu vyacu yemerera abahungu kubanza gusaba ubucuti abakobwa.
Menya uburyo bwiza bwo kwambura umukobwa ubusugi kuburyo nawe abinezerererwa (+18...
Kuryamana n’umukobwa w’isugi ni Exam mu bindi, abahungu benshi barabikunda ndetse mu buzima bwabo baba bunva bashaka kubana n’umukobwa akiri isugi,  yamara rero nubwo biruko hari abandi  bavyanka bitewe n’ukuntu bibabera bibi kubera ububabare buba ku muhungu canke ku mukobwa. Hari n’abandi babitinya bitewe no kugira ubwoba bwo kuryamana n’umuntu utamenyereye imibonano mpuzabitsina. Abakobwa bagira ibitsina bitangana niyo mpamvu hari uwo wokwambura ubusugi ntibikugore hakaba n’uwundi mushobora no kumarana indwi yose utarabishobora.   Icitonderwa ” Ntiwemerewe gusoma ino nkuru utarengeje imyaka ( +18 ) Ubu ni bumwe mu buryo bwiza bwa technique zo kwambura umukobwa ubusugi. 1-Ikintu ca mbere ugomba gukora ni ukwitonda mu vyo ukora vyose, ntiwihute ahubwo ubihe umwanya uhagije, ukore ibishoboka vyose kugira ngo utamubabaza ahubwo ugashaka uko yoryoherwa kugira ngo ntazokwigere yibagira iyo ncuro yiwe ya mbere akora imibonano mpuzabitsina ( Sex )   2-Mutegure bihagije, umukorakore cane cane mu mugongo, umusomagure mw’izosi no mu gituza no kunda, kuburyo yumva utuntu tumwirukamwo umubiri wose. Wewe bishobora kutakuryohera ariko uzoreke we aryoherwe cane bishoboka.  3-Ugomba kumwihanganira kuko atabimenyereye birashoboka ko atazagukorakora ngo bigushimishe bitewe no kutamenyera umubiri w’umugabo, ahubwo wewe uzoshimishwe no gukorakora umubiri wiwe bihagije, canke wewe uzomufashe umwereke aho yogukora ukaryoherwa, kandi igihe akoze ibintu nabi ntuzomubwire nabi ahubwo uzomusobanurire uko vyategerezwa kugenda. 4-Uzomusabe nawe ubwiwe akubwire aho yumva ko hashobora kumwongereza ubushake,niyakubira uze uhakore kuko ibi nivyo bizotuma ubushake bwiwe bwiyongera. 5-Mbere yo gutangura igikorwa banza umenye neza ko afise ububobere buhagije mu gitsina ciwe ( Vagina ) , ureke urutoki narwo rubanze ruhakorakore, noneho utangure buhoro cane, mu gutangura ashobora kumva ububabare ariko ntuzoce ureka ahubwo uzokomeze gake gake ububabare niko azotangura kutabwumva ahubwo yumve uburyohe bwinshi. Kugira ngo bigende neza bisaba ngo atambikize amaguru, bikaba akarusho iyo ayadukije yose.
Soma hano umenye ingaruka mbi  (10 ) zitegwa no kuraba...
Ireresi z’ibiterasoni  ” Pornography ” abantu bakunda kuraba kugira binezereze mu mutwe no ku mubiri inyuma y’ikiganiro twagiranye na bamwe basazwe barize ibijanye n’ukunonosora n’ivyinyifato (Psycologue) basanze vyica cane mu mutwe. Mukiganiro twashoboye kumenya ivyo ayo mareresi yica mu mutwe iyo umuntu ayaravye bigatuma bivamwo n’izindi ngaruka mbi ziherekeza ayo mareresi y’ibiterasoni. Murizo reresi kenshi bazitegura nka kurya abandi bose bategura izindi reresi bikabafata umwanya munini.
Ingaruka mbi 10 ziva mu kuraba ayo ma reresi y’ibiterasoni:  1/ Kubera kuraba izo reresi biratuma ushaka kwigereranya kurabo bazikina uravye n’ukuntu igitsina c’umugabo kiba kingana kuko abenshi bibaza ko bategerezwa kugira igitsina kinini nka birya babona mu mareresi. Ku muce w’abagabo hariho abaja kwa muganga kubaza ko boba bafise ingorane kubona bafise igistina gito bagatinya ko uwo barikumwe bibaza ko batahava bamuryohera mu gihe baba bariko barakora imibonano mpuzabitsina. 2/ Kuba zirya reresi ziba zimara umwanya munini abantu bibaza ko babikora umwanya munini ariko bafatanya uduce twinshi baba bakinye. Hari abakora umwanya muto ugereranije nivyo baba barabonye murizo reresi hama bakagira amakenga menshi ko boba bafise ubumuga canke ingorane.  3/ Iyindi ngaruka mbi zitera nuko ugumana ishusho yarya masanamu uba wabonye ku muntu wese mudahuje igitsina ukamubonamwo irya shusho wamye ubona. 4/ Uwo murikumwe ushaka ku mukorera ivyo wabonye vyose bigatuma ubona ko utakoze neza iyo mibonano mpuzabitsina nkuko wabishaka.   5/ Arya mareresi kugira umugabo akinane n’umukobwa abanza kuba amaranye igihe kinini ariko aramutegura mu mutwe no ku mubiri. Ariko wewe ukabikora utabanje ku mutegura bikwiye ugahava ushaka ko mukora vyose nkuko wabibonye. 6/ Ku bakina arya mareresi barakora ibintu vyinshi nawe utokubahuka gukora nko gukoza ururimi mu gitsina c’umukobwa ataco wafashe  ” nk’ibintu biza kugukingira ” 7/ Ayo mareresi arashira hasi bimwe bikomeye igitsina gore kuko berekana iminsi yose umugabo ariwe akoresha umugore gusa kandi bikaboneka ko abimukorera ashizemwo inguvu nyinshi cane nkuwuriko arakorerwa ivyamfurambi(gufatwa ku nguvu).  8/ Ayo mareresi y’ibiterasoni aratuma uwuziraba ku muce wabasanzwe bubatse nk’umugabo aziraba ashaka ku gufata(Position) zose yabonye agashaka kuzikoresha uwo bubakanye. 9/ Iyo umugabo ariko arabikora ashaka kwerekana ko azi ibintu mu gukora ivyo yabonye vyose ariko akibagira ko umukunzi wiwe asanzwe atakina ayo mareresi y’ibiterasoni. 10/Biratuma kenshi ushobora kubura uwo mukorana imibonano mpuzabitsina bigatuma ushobora kuyikorana wewe nyene(Masturbation). Ico twoshobora kubamenyesha nuko abakina ayo mareresi babaha amahera menshi ariyo mpamvu bakina izo reresi zibiterasoni. Mu makuru yacu yo hanyuma tuzobabwira ingaruka mbi ziterwa no kwisambanya ivyo bita mu gifaransa Masturbation. Sources : Afrifame
Menya hano amabanga 5 akomeye yogufasha mu gutereta umukobwa mubana hamwe...
Hari igihe uba ubana n’umukobwa ukabura uko umubwirako umukunda, ukanabura nuko ubimwereka ariko yamara kwigarurira uwo mukobwa n’ibintu bishoboka cane. ica mbere  bisabwa umenye ko atamuntu aja k’urugamba  atakigwanisho yitwaje kandi kugira ibigwanisho vyinshi siko gutsinda urugamba.   Singiye kukubesha gutereta bisaba inguvu nyinshi, aha tugiye kurabira hamwe bimwe mu bintu wokoresha mugutereta umukobwa mubana hamwe. 1) Ukuntu wambara : Kwambara neza ntibivuga kwambara impuzu izimvye gose, nimba  wirirwa mudukabutura canke mudupantaro tubiri indwi yose igahera hanyuma iyindi igakwirikira ivyo bisabwa uvyibagire ubihebe, Hita ugende ugure impuzu nshasha kugirango uzoze urahinduranya, Nimba uwo mukobwa akunda gusenga ugure n’impuzu uzaza urajana mumisa. Nimba ufise ubwanwa burenze canke imishatsi nk’iyabasazi ugomba kubaza mushiki wawe canke uwundi nimba bikubereye, yavuga oya ukabivanaho. Kuko umupango yawe ni ukwiraba ukabona ko wahindutse k’uburyo uwo mukobwa  nimwahura azokuyoberwa. Kandi ugomba guhora wambaye neza ahuri hose. 2) Kumwiyegereza: Nimba uwo mukobwa mutazinanye kandi mutari musanzwe muvugana ariko ukaba wahora umubona yitahiye canke mugahurira mwibarabara , nimba yahora aza iwanyu kuraba mushiki wawe wewe mutavugana iki nico gihe co kumwiyegereza. Nimba uwo mukobwa ari umukizwa bisabwa nawe uze uraja gusenga ukamwicara imbere kugirango akubone, Nimba naho uwo mukobwa ari umupagani ahoho bizoba vyoroshe kuko worondera ahantu aba yibereye n’abandi bakobwa ukamusangayo.  3) Kutamwirukanka inyuma: Nimba aguhaye nimero ziwe ntabwo ugomba kumubuza amahoro umuhamagara amasaha yose. Nimba mumaze kumenyana nawe k’uburyo woba usigaye unamutemberera iwabo ntabwo ugomba kwirirwa uhorayo burimunsi, Kuko bituma akumenyera aka kurambirwa. Nubwo mwoba mubana ugomba kuraba uko wiburisha ukamwereka ko uri umugabo ukunda akazi, Ugomba kumwereka ko ufise izindi ncuti nyinshi z’abakobwa ko atariwe wenyene aba kw’isi. Ivyo bizotuma afuha ashake kukwiyegereza uko niko abakobwa bameze. Iyo abonye atamukobwa wundi ukwitaho bituma agupinga canke iyo abonye uhora umwiruka inyuma, Nimba kandi aje iwanyu atagahunda mwari mufitaniye ugomba kumwereka ko uri mukazi canke ko hari ahantu ugiye. 4) Ntukavuge amajambo menshi: Nimba yagutembereye canke wewe wamusuye ntukavuge amajambo menshi, kugera aho ushakako ubandanya wivuga ibigwi vyawe. Ntuze wigere umubaza ibibazo vyinshi nkaho umengo ari mu Exam , Abakobwa Ntibakunda umuntu nkuwo, Ntuzamuhatire kukubwira ikintu mugihe atabishaka, Nimwaba mwicaye ariko ukabura ico kuvuga ntuzobire icuya ngo utangure uvuge ibiterekeranye. Uzikarume umukubite akajisho nimukubitana amaso uzamutwengere burya hari amajambo amaso avuga umunwa utoshobora kuvuga. Nakubaza impamvu umuraba ugatwenga uzamubwire ko iyo umubonye ivyishimo vyuzura mu mutima wawe. 5) Ntuzomare amahera yawe : Ntuzopfushe amahera yawe ubusa umugurira ibintu bizimvye kugeza aho ubura ayo kwishura inzu ubamwo, aha bisabwa witonde kuko abakobwa benshi iyo bamaze kumara amahera y’abasore baca bigira.
Nubwo woba ufise igitsina gito, menya ukuntu woshimisha umugore wawe ndetse...
Bamwe mu bagabo, usanga bagira impungenge cane bivanye n’ ibitsina vyabo muko usanga bingana ndetse ugasanga bibaviriyemwo kubura umunezero igihe co gukora imibonano mpuzabitsina bitewe niyo mpanvu. Abahinga mu bijyanye n’ ibitsina bo bavuga  ko atamugabo yarakwiye kugira impungenge kugitsina ciwe kuko ngo igitsina ntaho gihurira no gukora imibonano mpuzabitsina neza.  Aba bahinga babandanya bavuga  ko igitsina c’ umugabo kiringaniye kiba gipima hagati ya santimetero 12 na 17  ariko ngo nubwo bidakunze kubaho ngo hariho n’ abashobora kurenza izi metero. Nimba ushaka kunezerwa igihe co gukora imibonano mpuzabistina , ningombwa ko mubanza gutegurana bihagije, aba bahinga bavyigiye bavuga ko atamugabo ukwiriye kubabazwa nuko igitsina ciwe coba ari kigufi ( gito ) kuko ngo n’ abagore benshi bubu basigaye banatinya ibitsina vyabagabo birenze urugero mu kuba birebire .  Inama zitangwa ku bagabo bumva ko ubwabo bafise igitsina gito, ngo ni ukwikuramwo ko igitsina cabo ari gito kandi mu gihe bagiye gukora imibonano n’ abo bubakanye bakabanza gufata umwanya wo gutegurana bihagije. Ikindi kandi aba bahinga babandanya bavuga ngo ni ugukora isuku rihagije ku myanya ndangagitsina, bagakata ubwoya buba hejuru y’ igitsina, kuko iyo bubaye bwinshi ngo bushobora gukingiriza igitsina kikaboneka nk’ aho ari gito.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Ibihuha ni vyinshi ku bagwaye ingwara ya coronavirus m’Uburundi
Kumbuga ngurukana bumenyi hariko haraca amakuru avuga ko m’Uburundi abagwayi bane boba bitavye Imana mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Bikavugwa kandi ko n’umukuru w’Inama nshingamateka nawene ari ku musego biturutse kur’iyo ngwara ya coronavirus yugarije isi yose.  Ayandi makuru nayo akavuga ko umupfasoni w’umukuru w’igihugu nawene yajanywe mu gihugu ca Kenya kwivuza iyo ngwara ibuza umuntu guhema harimwo n’ubushuhe. Abantu nabo bakaguma barungika ubutumwa ku mbuga ngurukana bumenyi bavuga imiti itandukanye yoshobora kuvura no gukinga iyo ngwara ya coronavirus. Ayo makuru rero akaba atarabeshuzwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu benshi bagiriza kutitaba kukamo baba batewe n’abagwayi bibonyeko ibimenyesto vya coronavirus. Inumero za telephone zatanzwe nyinshi zikaba zititaba. Ubwo bushikirangani bw’amagara y’abantu bukaba butaratanga inkuru zikwiye kurabo bagwayi bavugwa hamwe no kuriyo miti abantu bifashisha kugira bivure ingwara ya coronavirus.
Denise Nkurunziza yoba yajanwe muri Kenya kuvurwa Coronavirus
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba akandi yiteguriye gusohoka ku butegetsi, ariwe Denise Bucumi Nkurunziza, yajanwe mu gihugu ca Kenya inyuma yo kwandura umugera wa Coronavirus. Ibinyamakuru vya Kenya biremeza iyo nkuru ko Denise Nkurunziza yuriye indege ejo ku musi wa kane mwibanga ntangere ajanwe ku bitaro vyigenga biri muri kenya avurwe COVID-19. Ikinyamakuru kimwe kinavuga mbere ko nabakaozi bakorera ku kibuga c’indege ca Bujumbura batemerewe kwegera ku nyandiko za Bucumi Denise zo kuja muri Kenya.  Bikavurwa kandi ko yagiye ajanye n’aba garde-corps biwe batatu umwe muribo akaba yaranduye nawe uyo mugera wa Covid-19. Naho ayo makuru yagizwe ibanga ntangere, biraboneka ko ibinyamakuru vyo muri Kenya vyovyo vyaciye bibona icajanye Denise Bucumi mu gihugu ca Kenya ko ari ukwivuze Coronavirus. Umushiikiranganji Thadee Ndikumana naho yahakanye ko yagiye muri Kenya kwivuza Coronavirus ku wa 21 Rusama 2020, ibinyamakuru vya Kenya vyemeza ko yagiyeyo kwivuza Covid-19. Sources: 1. https://metropoltv.co.ke/2020/05/29/burundis-ex-first-lady-airlifted-to-kenya-after-contracting-covid-19/ 2. https://sonkonews.com/burundi-first-lady-airlifted-kenya-covid-19/ 3.https://citizentv.co.ke/news/burundi-first-lady-evacuated-to-kenya-after-contracting-covid-19-334094/
Abasenyeri bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020
Umugwi w’abasenyeri bo mu Burundi, CECAB, bariyamiriza akarenganyo karanze amatora yo ku wa 20 Rusama 2020.  CECAB ikabona ko naho amatora muri rusangi yabaye mu mutekano, hatabuze ibigenda nabi. CECAB iravuga ko hatabaye ugufata kumwe abakandida bahiganirwa kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu. “Turababajwe cane n’utunenge twinshi twabaye mu matora ku bijanye n’ubwigenge, umuco mu matora hamwe nukunganisha abahiganwe bose mu kubafata kumwe bitabaye”, niko Joachin Ntahondereye arongoye CECAB yamenyesheje. Ibindi abo basenyeri bavuga bitagenze neza mu matora ni uguhata abahagarariye amatora gusinya ku nzandiko za nyuma zivyavuye mu matora(proces verbaux, ugutora mu kibanza c’abapfuye hamwe n’impunzi hamwe no kuja gutorera abandi incuro nyinshi.  Ibindi umugwi w’abaseneyri uvuga ko bitagenze neza ni kuba hari abatora batoye incuro irenga imwe hamwe no kwirukana abari bahagarariye amatora bo mu mugambwe CNL nabandi hamwe no kubatera ubwoba bikozwe n’abategetsi batwara. Idini rya katolika mu Burundi rikaba ryari risanzwe rifitaniye umubano mubi na leta ya CNDD-FDD kuva mu matora yose yarenganye. Ubwo leta y’Uburundi iza kwishura gute kuri ibi birego vyashizwe ahabona na katolika?
#COVID-19: Umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye Coronavirus
Mu makuru ariko aca ku mbuga nguruakana bumenyi ataremezwa na leta y’Uburundi avuga ko umushikiranganji w’amagara y’Abantu yoba yanduye umugera wa Coronavirus. Mu makuru ashirwa ahabona n’ikinyamakuru SOS Media Burundi avuga ko umushikiramganji w’amagara y’Abantu, Thaddee Ndikumana, yoba yajanwe mu gihugu ca Kenya kugira avurwe mu buryo bwihuta kubera Coronavirus yoba yaranduye.  Aya makuru arahuye nayandi avugwa ko mu Burundi ubu hari abarwayi benshi ba Coronavirus naho leta y’Uburundi idashaka kubashira ahabona. Mu misi yahera harabaye iyirukanwa ry’abakozi bakorera Ishirahamwe ryitaho amagara y’Abantu mu Burundi,OMS, hakanavugwa ko hoba harabaye ukutabona kumwe kwa leta y’Uburundi ibijanye no kurwanya ikiza ca COVID-19 mu gihugu c’Uburundi. https://twitter.com/SOSMediasBDI/status/1265192155330547712?s=20 Abarundi baba mu gisagara ca Bujumbura na cane cane bobo barafise ubwoba cane kubera ico kiza bivugwa ko coba gikwiragiye mu bantu ariko kubera ibikoresho vyo gupima bidashika kuri bose ntibabimenye. Mu Burundi gushika ubu hamaze kwandura abantu COVID-19 bashika ku 42 mu barenga amajana atanu bamaze gupimwa mu gisagara ca Bujumbura gusa. Ariko rero , nta numwe mu Barundi baba mu gihugu hagati arigera apimwa umugera wa Coronavirus na cane abarundi baba ku mupaka uhana imbibe n’ibindi bihugu vyanduye cane nka Tanzania hamwe n’Uburundi.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
Sentare yiyungurizo ya Ntahangwa yagumije mu munyororo abamenyeshamakuru bane
Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.  Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe. Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.
Sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje instinzi ya CNDD-FDD
Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze. Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%. Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka. Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji. Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.
Umwihwezo: Ni iki Evariste Ndayishimiye yokwitegwako? Ihinduka canke kubandanya ivyahahora?
Ku wa 20 Rusama 2020, mu gihe benshi mw’isi bari bituniye ku kurwanya ingwara ya COVID-19, igihugu c’Uburundi coco cakoze mu gacerere ntangere amatora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora akaba yabaye ‘mu mwijima wose’ mu gihe abarorerezi mvamakungu bankiwe kuyakurikirana’. Uburundi gusa bwashimye ko abarorerezi gusa ba ‘EAC ifise umunyamabanga wayo w’umurundi, Liberat Mpfumukeko’ ko bayarorera gusa bonyene. Ibi navyo ata gukeka vyaje bihura n’uko CNDD-FDD ishaka. Umugambwe uri ku butegetsi warushirijeho kwigenga kuva mu matora ya 2015 aho Petero Nkurunziza yatorerwa ikiringo ca gatatu, ivyatumye haba amezi y’imyiyerekano y’abiyamairiza itorwa rya Petero Nkurunziza. Ivyavuye mu matora yabaye ku wa 20 Rusama bikaba bishira imbere intinzi ya Evaritse Ndayishimiye ku majwi 68 kwijana mu gihe umukeba wiwe mukuru, Agathon Rwasa, yahawe amajwi 24 kw’ijana. Abitabiriye amatora bivugwa ko bari hafi 90%. Rwasa Agathon yiyamirije ubusuma mu matora maze aritwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro. Ishengero rya Ekeleziya Gatolika naryo ryagarutse ku tunenge twibonekeje mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Dukurikije icitegererezo Idini rya Katolika ryakoresheje mu matora ya Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo yo mu 2018, Katolika ryashatse kurungika indorerezi ku biro vy’itora vyose 14,655. Ariko rero, leta y’Uburundi yemeye gusa ko harungikwa abarorerezi gusa hafi 20%, ariko Idini Katolika rikavuga ko uru rugero rudahagije kugira ngo amakenga ntaboneke ku vyavuye mu matora. Naho Rwasa Agathon yashikanye ibirego muri Sentare, biragaragara ko Sentare ishingiye kuri politike cane. Iyo sentare nyene niyo yemeje ko manda ya gatatu yahawe Nkurunziza mu 2015 ko iciye mu mategeko, rero nta witeze ko izokwerekana ubwigenge ubu muri ibi birego bishirwa ahabona na Rwasa Agathon. Hagati aho, leta mvamakungu zishobora kwiyamiriza amatora, ariko nta bushobozi bafite bwo kugondoza leta y’Uburundi. Ikigaragara ni uko abantu bose batiteze ko aya matora azoba mu muco no mu kuri kwose. Reka twibande ku muyobozi ashirwa imbere kuzoba umukuru w’igihugu c’Uburundi w’imyaka 52, Evariste Ndayishimiye Igikorwa ca Ndayishimiye co gushira ibintu ku burimbane… Imwe mu ntambamyi nyamukuru za Ndayishimiye mu gutangura imirimo ni ukuringaniza inyungu zitandukanye ziri mu mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Inkomoko be n’inguvu vya Ndayishimiye Evariste bikomoka cane cane mu mateka ya gisirikare ya CNDD-FDD. Mu kugerageza kwitoreza CNDD-FDD, Ndayishimiye yafashijwe bikomeye n’abajenerali bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare c’Uburundi. Ariko rero,Uwamwitangiye imbere ariwe Petero Nkurunziza yari ashigikiye uwundi mukandida, umukuru w’Inama Nshingamateka(umusivivile), Pascal Nyabenda. Bikaba biboneka ko Nkurunziza yahavuye agondozwa atabishaka maze ‘umusivile wiwe’ igisirikare kiramwanka, naho yagumanye amazina nka ‘Imboneza yamaho‘. Naho abihweza ibintu n’ibindi babonanko ‘Imboneza yamaho’ izoba hafi ‘Samuragwa’ wiwe mu kuyobora igihugu c’Uburundi kugira gishike kw’ ‘iterambere’ nk’uko ‘Samurarwa yabivuze kenshi ariko yiyamamaza, biraboneka cane ko Ndayishimiye nyene afise igikorwa kitoroshe co gushira ibintu ku burimbane hagati y’igisirikare camushize ku butegestsi hamwe n’abakurikizi ba ‘Sogokuru’ wiwe, Nkurunziza bashaka ko Uburundi ‘butwarwa n’umusivile’. Ndayishimiye ariteze gose nk’akarorero guhangana n’intureka zishobora kwaduka mu mugambwe wiwe. Muri vyo kandi, harimwo umubano mubi n’inzego mpuzamakungu kuva kuri ONU kugeza ku Muryango w’ubumwe bwa Afurika mbere na EAC. Nkurunziza yaritandukanije n’abantu bose, gushika aho yirukana abadiplomate n’abayobozi bakuru. Mu misi iheze, Nkurunziza yirukanye abayobozi bakuru bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’Abantu kw’isi, OMS, inyuma yo kwiyamiriza ibikorwa vya OMS mu Burundi ku bijanye na Coronavirus canke COVID-19, leta y’Uburundi igerageza guhuvya canke kunyegeze. Ndayishimiye kandi yitezwe kuvyura igihugu gisa n’icaguye uravye kahise kaco. Abantu barenga 350.000 bahungiye mu bihugu bibanyi n’Uburundi mu gihe abashika 110.000 bataye izabo bahungira mu gihugu hagati. Urugero rw’ubukene mu Burundi rwaraduze gushika ku bice 74%. Ubu, igihugu c’Uburundi nico gihugu ca gatatu gikenye cane kw’isi. Kiretse Evariste Ndayishimye ahinduye uko ivyahora bikorwa bibandanya, abahinga barabona ko guhohotera abantu bizoba ariyo inzira yonyene CNDD-FDD ishobora gukomeza gutwara Uburundi. Abarundi benshi bipfuza amahinduka, ariko ntibafise ububasha bwo kubikora kandi akenshi iyo babikoze bituma bamwe bahasiga ubuzima abandi ntibagire ico bakora kugira babatabare. Ikivyunyura, n’uko umurwi w’Imbonerakure wo muri CNDD-FDD, Imbonerakure, ukangisha guhohotera umuntu wese yokwubahuka kuvuguruza leta y’Uburundi canke kuyinebagura. CNDD-FDD irashobora kwumva ko ifise uburyo bwo kugenzura umugambwe na leta iwukomokamwo, ariko umuntu agomba kwibaza igihe bishobora kumara. Bimwe muribi bizotumwa nuburyo amafaranga yinjira muri leta aguma agabanuka kugirango igumane intwari z’abasirikare n’abasivile hamwe n’Imbonerakure. Ndayishimiye akaba avugwa ko yanka igiturire kandi bivugwa ko atari muri bamwe bo muri CNDD-FDD bafise ibitayega canke ubutunzi butagira izina biciye mu kwiba amatungo ya leta y’Uburundi. Mu gihe Evaritse Ndayishimiye yoshaka ‘gusambura akarwi gapfukamye igihugu mu nda’, vyohava bituma abonwa nabi n’abamushizeho maze bakarondera ‘kumwigiza kure yabo’ maze bagashiraho uwundi aza aborohereza. Igihe c’Ubumwe bwa Afrika co guhaguruka… Inyuma y’ihinduka ry’ibwirizwa shingiro ryemejwe mu mwaka wa 2018, Ndayishimiye azoba umukuru w’igihugu wa mbere w’Uburundi afise gutwara ikiringo c’imyaka indwi. Ku bihweza ibintu, iki n’igihe gihagije co guhindura igihugu, buhoro buhoro gushika kwiterambere rirama. Amaze gushika ku butegetsi, Ndayishimiye akwiye gushira inguvu ziwe zo kureka amashirahamwe ategamiye politike asubira gukora(ivyotuma kumbure haba igabanuka ry’urwaruka rushomereye mu gihugu c’Uburundi), kugarukana ubwigenga mu bimenyeshamakuru bwatakaye mu mwaka wa 2015 no gukuraho imitahe ihamagarira ifatwa ry’abatavuga rumwe muri politike, aho twovuga nk’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 n’abandi. Evariste Ndayishimiye kandi ategerezwa kugabanya ububasha Imbonerakure zihaye canke zahawe zo guhohotera abanyagihugu. Ivyo vyose ntabwo bizokworohera Ndayishimiye. Umukuru w’igihugu mushasha ahanzwe amaso gose n’abanyapolitiki bakomeye bashigikiye kandidatire yiwe ndetse n’umugambwe wamufashije gustinda amatora biciye ku busuma bukomeye. Naho biri uko, ubu ni igihe co guhindura ibintu. Ndayishimye ni mushasha muri ayo mabanga yo kurongora igihugu; kandi akaba yarabonanye na bamwe bamwe mu bategetsi mvamakungu mw’ibanga mu mezi aheze, abonana n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika(AU), Moussa Faki n’abayobozi ba EAC. Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya Buraya warashizwe ku ruhande n’Uburundi inyuma yo gushaka kurungika ingabo zija mu Burundi gucungera amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2015. Nyuma y’ibi, EAC yafashe intambwe ya mbere nubwo nayo ihanganye n’ukurabana ayingwe hagati y’ibihugu nyene biyigize nk’ikibazo kiri hagati y’Uburundi n’Urwanda, ikibazo kiri hagati y’Ubugande n’Urwanda. Ubu ni igihe c’Ubumwe bwa Afrika co kwongera kwifatira ibintu mu minwe.
CHAN : Abakinyi 25 b’Intamba mu rugamba batumweko kwitegurira urukino rwa Uganda
Umumenyereza w’Intamba mu rugamba z’abakinyi bakinira mu Burundi (Les Locaux) yatumyeko abakinyi 25 bagiye kwitegurira urukino rw’ugusubiriza ruzohuza Uburundi na Uganda mu gisagara ca Kampala kw’igenekerezo rya 19 Gitugutu 2019. Urwo rukino ni urwo kurondera imirwi izokwitaba ihiganwa rya CHAN 2020. Mu rukino rwa mbere Uganda yari yatsinze Uburundi bitatu ku busa. Abakinyi 25 batumweko ni : 1. RUKUNDO Onesime (MESSAGER NGOZI)
2. RUGERINYANGE Joseph (VITAL’O)
3. HAILE Shalom (LLB)
4. NDIZEYE Eric (MUSONGATI)
5. HARERIMANA Emmanuel (BUJA CITY)
6. AMIN Abdoul (MESSAGER NGOZI)
7. NDIKUMANA Faustin (RUKINZO)
8. NGABONZIZA Blanchard (AIGLE NOIR C.S)
9. NDIKUMANA Asman (AIGLE NOIR C.S)
10. HARERIMANA Lewis (INTER STAR)
11. URASENGA Cedric Danny (MESSAGER NGOZI)
12. BIGIRIMANA Abedi (RUKINZO)
13. RUKUNDO Therence ( KAYANZA UTD)
14. GASONGO Benjamin ( AIGLE NOIR C.S)
15. MASSUD Narcisse (AIGLE NOIR C.S)
16. MUSEREMU Iddy (MESSAGER NGOZI)
17. GAKIZA Aimé (FLAMBEAU DU CENTRE)
18. BYAMUNGU Raoul (BUMAMURU)
19. NDIKUMANA Landry (KAYANZA UTD)
20. MAVUGO Cedric (AIGLE NOIR C.S)
21. BAYIZERE Olivier (MESSAGER NGOZI)
22. KARIKERA Ibrahim (MESSAGER NGOZI)
23. TUYIHIMBAZE Gilbert (BUJA CITY)
24. NDAYISMIYE Youssouf Nyange (AIGLE NOIR C.S)
25. MUHINDO Fundi Trésor (LLB)
Urutonde rw’abakinyi 18 b’Intamba bagiye i Dar Es Salaam mu rukino rw’ugusubiriza na Tanzania
Abakinyi cumi n’umunani b’Intamba mu rugamba nibo buriye indege kuri uwu wa kane berekeza mu gihugu ca Tanzania i Dar Es Salaam, aho bagiye gukina urukino rw’ugusubiriza ruzohuza kuri uwu w’Imana Uburundi na Tanzania. Abo bakinyi bafashe urugendo igihe c’isaha indwi n’iminota mirongo itatu z’umurango, bakaba bagiye guhiganirwa itike y’ukuzokwitaba igikombe c’isi yose (Coupe du Monde) kizobera mu gihugu ca Qatar mu mwaka w’2022. Pierrot Kwizera, umukinyi wo hagati yakomeretse mu rukino rwo kuri uwu wa gatatu ntari ku rutonde rw’intamba zerekeje i Dar Es Salaam muri Tanzania, abandi batari ku rutonde ariko bari baratumweko mu myimenyerezo akaba ari nk’abasatirizi Laudit Mavugo aheruka kugurwa mu gihugu ca Maroc, Jules Ulimwengu akina muri Rayon Sports mu gihugu c’Urwanda, Mustapfa Francis, Shabani Hussein batazira Tchabalala, n’abandi. Mu rukino rwa mbere rwabaye kuri uwu wa gatatu, Uburundi bwanganije kimwe ku kindi na Tanzania. Abakinyi 18 bafashe urugendo rugana i Dar Es Salaam ni :
Intamba U-15 : Abakinyi 19 bagiye guserukira Uburundi muri Erythrée
Umurwi ujejwe ubuhinga mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi washize ahabona kuri uwu wa kabiri urutonde rw’abakinyi 19 batarenza imyaka 15 (U-15) bagiye kwitaba inkino za CECAFA zizobera mu gihugu ca Erythrée, kuva igenekerezo rya 16 Myandagaro gushika kw’igenekerezo rya mbere Nyakanga 2019. Urwo rutonde rusohotse inyuma y’imyimenyerezo yari imaze iminsi ibera kuri Centre Technique National. Abo bakinyi bazofata urugendo muri iyi ndwi, urukino rwa mbere rw’Uburundi narwo rukaba ruzoba kuri uwu wa kane igenekerezo rya 15 Myandagaro 2019. Urutonde rw’abazoserukira Uburundi (Intamba U-15) Abanyezamu 1. NTIRANDEKURA Eloge
2. IRANKUNDA Osa0na Abakinyi b’inyuma 3. ICOYITUNGIYE Kévin
4. HAKIZIMANA Ally
5. BARITONDA Fleury
6. NGABIRANO Slim
7. BAYISENGE Ibrahim Abakinyi bo hagati 8. TUYIZERE Uledi
9. IRAKOZE Jean Darcy
10. SHAKA Bruce Landry
11. ARAKAZA Tonny
12. BAYISENGE Aboubacar
13. MANIRAKIZA Houzaifa
14. IGIRANEZA Adelard Abasatirizi 15. DJUMA Jaffari
16. MUGISHA Adamo
17. INTEYITEKA Florien
18. ITERITEKA Jean Charlemagne
19. NDUWIMANA Patrick
Basketball : Gymkana yafashe ikibanza ca mbere mw’ihiganwa ritarahera
Umurwi wa Gymkana  niwo wafashe ikibanza ca mbere mw’ihiganwa ry’umupira w’amaboko (Basketball) ry’i Bujumbura. Inyuma y’inkino zabaye mu mpera y’iyi ndwi, niho uwo murwi wamenyekana ko utahukanye ikibanza ca mbere, iyindi mirwi iri muri iryo higanwa ikaba ihiganirwa ibibanza bisigaye. Mu rukino rutari rworoshe, Gymkhana yatsinze Dynamo ku manota 69 kuri 67
Imirwi ine igiye kubandanya ihiganwa ry’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu yamenyekanye
Igice ca kane gishira ica nyuma c’ihiganwa ry’igikombe c’umukuru w’igihugu gihejeje kurangira ku mugoroba wo kuri uwu wa gatandatu mu nkino zabareye ku bibuga bitandukanye. Imirwi ine niyo isigaye mw’ihiganwa, ikaba igiye kuzokina igice ca kabiri gishira ica nyuma. Ku kibuga Ingoma co mu ntara ya Gitega, Messager Ngozi ihejeje gusezera ihiganwa, kuko yatsinzwe na Inter Stars ibitsindo bine kuri bibiri. Aigle Noir isanzwe ariyo ifise igikombe c’ihiganwa rya Primus Ligue yirahiye Lydia Ludic ibitsindo bitatu ku busa, i Muyinga naho ku kibuga Umuco. Musongati FC yatsinze kimwe ku busa na Ngozi City ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, Rukinzo FC nayo nyene itsinda kimwe ku busa Kayanza United, ku kibuga Urumuri co mu ntara ya Ruyigi. Imirwi ine niyo igiye kubandanya mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, iyo nayo akaba ari Inter Stars, Aigle Noir, Ngozi City, hamwe na Rukinzo FC.
Messager Buja ibarizwa mu kibanza ca nyuma ca Primus Ligue yatsinzwe na Les Lierres
Ihiganwa rya Primus Ligue ryarabandanije kuri uwu w’Imana ku munsi waryo wa 28, imirwi umunani akaba ariyo yakinye. Umurwi wa Musongati FC niwo uri mu kibanza ca kabiri, ukaba ukurikira umurwi wa Aigle Noir FC ugeze ku manota 62, ukaba kandi usanzwe yaramaze guhabwa igikombe c’iryo higanwa. Kuri uwu w’Imana, Athletico Olympic yanganije kimwe ku kindi na Bumamuru FC, umurwi wa Kayanza United ugeze mu kibanza ca 12 utsindwa bibiri ku busa na LLBS4A. Ngozi City yatsinzwe bibiri kuri kimwe na Flambeau du Centre, Rukinzo FC itsinda kimwe ku busa Vital’O ya Kanyenkore Gilbert batazira “Yaoundé” igeze mu kibanza ca gatatu. Uko imirwi irushana amanota  Uko Imirwi yatsindanye ku munsi wa 28 wa Primus Ligue
Primus Ligue : Uko imirwi yatsindanye n’inkino zitegekanijwe kuri uwu w’Imana
Ihiganwa rya Primus Ligue ryabandanije kuri uwu wa gatandatu mu munsi waryo wa 28, inkino zikaba zabereye ku bubuga bitandukanye mu gisagara ca Bujumbura hamwe no mu gihugu hagati. Umurwi wa Aigle Noir FC usanzwe waramaze gutahukana igikombe ca Primus Ligue wahuye na Messager Ngozi ku kibuga Urukundo c’i Ngozi. Iyo mirwi yompi yanganije ubusa ku bundi. Les Lierres yatsinze bitatu kuri kimwe Messager Bujumbura, Musongati FC nayo inganya kimwe ku kindi na Bujumbura City. Olympic Star nayo yanganije ubusa ku bundi na Flambeau de l’Est. Iryo higanwa rya Primus Ligue rirabandanya kuri uwu w’Imana, Athletico Olympic ikina Bumamuru FC ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore isaha indwi (13h). Kuri ico kibuga nyene, Vital’O FC ikina na Rukinzo FC isaha icumi (16h). Ku kibuga citiriwe Urukundo mu ntara ya Ngozi, Kayanza United ihura na LLBS4A isaha indwi (13h), kuri ico kibuga nyene, isaha icenda n’iminota mirongo itatu (15h30), Ngozi City ihure na Flambeau du centre.
CAN U23 : Uburundi bwasezeye ihiganwa
Uburundi bwasezeye ihiganwa ry’ukurondera imirwi nserukirabihugu izokwitaba igikombe ca Afrika c’abakinyi batarenza imyaka 23. Intamba mu rugamba zisezeye iryo higanwa inyuma y’ugutsindwa kuri uwu wa kabiri ibitsindo bibiri vya Congo Brazzaville kuri kumwe c’Uburundi. Mu rukino rwa mbere, iyo mirwi yompi yari yanganije ubusa ku bundi i Bujumbura. Muri urwo rukino rw’ugusubiriza, Uburundi bwasabwa gutsinda canke kunganya na Congo Brazzaville, kugira bubandanye ihiganwa ry’ukurondera itike y’ukuzoja mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afrika c’abatarenza imyaka 23, nk’uko Intamba z’abakuze (Senior) zabikoze ku munsi wa gatandatu mu kwironkera uburenganzira bw’ukuzokwitaba ihiganwa ry’igikombe ca Afrika kizobera mu gihugu ca Egypte, mu kwezi kwa gatandatu 2019. Igice ca mbere caheze ari igitsindo kimwe c’Uburundi ku busa bwa Congo Brazzaville, igitsindo cinjijwe n’umukinyi Kanakimana Bienvenu, umusatirizi wa Aigle Noir FC amaze iminsi avyifatamwo neza, akaba mbere aheruka kugurwa n’umurwi wo muri République Tchèque, ku mubagane wa Buraya. Mu gice ca kabiri, mu minota ya nyuma y’urukino, Congo Brazzaville yaragomboye ico gitsindo, yongera itsinda ica kabiri mu mwanya w’agasunuzo (Temps Additionnel), kuri “Penalty” yatanzwe n’umusifuzi. Uburundi buba burasezeye ihiganwa. Abakinyi b’Uburundi batanguye mu kibuga ni : Mutombola Fabien (Umunyegori), Muryango Moussa, Ndizeye Eric, Ndaye Chancel, Ndikumana Tresor, Muryango Mabano Shabani, Ndayishimiye Youssuf, Museremu Iddy, Kanakimana Bienvenu, Ulimwengu Jules hamwe na Irakoze Saidi.
U23 : Uburundi burakina urukino rw’ugusubiriza na Congo Brazzaville
Abakinyi b’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abatarenza imyaka 23 bari mu gihugu ca Congo Brazzaville aho bagiye gukina urukino rw’ugusubiriza ruhuza kuru uwu wa kabiri ivyo bihugu. Mu rukino rwa mbere rwaheze ari ubusa ku bundi. Nk’uko amakuru dukura muri Congo Brazzaville abimenyesha, abakinyi bose b’Uburundi bameze neza, bakaba mbere ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere baragize imyimenyerezo ku kibuga ca Masamba kiri aho i Brazzaville.  Urwo rukino rw’ugusubiriza rutangura igihe c’isaha icenda n’iminota mirongo itatu (15h30) ku masaha ya Brazzaville, ni ukuvuga isaha icumi n’iminota mirongo itatu ku masaha y’i Bujumbura (16h30). Mwomenya ariko Uburundi buza gukina budafise umusatirizi Amissi Mohammed w’imyaka 18 yari yavyifashemwo neza cane mu rukino rwa mbere, uwo akaba inyuma y’urwo rukino yaciye atwarwa gukina mu murwi nserukiragihugu w’abakuze(Senior) uheruka kuronka itike y’ukuzokwitaba inkino z’igikombe ca Afrika (CAN 2019). Umumenyereza Olivier Niyungeko yasiguye ko uwo mukinyi atashoboye kujana n’abandi muri Congo Brazzaville, kuko mukumusaba umurwi wiwe wa NEC BREDA wo mu gihugu ca Hollande, Uburundi bwavuze ko bamukeneye mu murwi nserukiragihugu w’abakuze (Senior). Kubw’umumenyereza Niyungeko, Uburundi bwashimye kwubahiriza ayo masezerano.
Intsinzi y’akataraboneka mu mateka y’umupira w’amaguru mu Burundi
Uburundi ku ncuro yabwo ya mbere kuva bubayeho, bwanditse kuri uwu wa gatandatu amateka mu rukino rw’umupira w’amaguru, mu kwironkera itike y’ukuzokwitaba ihiganwa ry’igikombe ca Afrika kizoba mu kwezi kwa gatandatu umwaka w’2019. Ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, imbere y’abarorerezi isinzi, igice ca mbere c’urukino caheze iyo mirwi yompi inganya ubusa ku bundi. Mu gice ca kabiri, Uburundi bwinjije igitsindo ca mbere catsinzwe na Amissi Cedric ku munota wa 74. Inyuma y’akanya gato, na Gabon yararonse igitsindo, umukinyi w’inyuma w’Uburundi Omar Ngando akaba ariwe yinjije mw’izamu rya Jonathan Nahimana asamira Intamba mu rugamba. Urukino rwaheze iyo mirwi inganya igitsindo kimwe ku kindi, ivyatumye Uburundi bubandanya ihiganwa, kuko bwarusha amanota Gabon ya Pierre Emerick Aubameyang yasabwa gutsinda urwo rukino. Mw’itsinda Uburundi burimwo, ibihugu bizokwitaba CAN 2019 izobera muri Egypte ni Mali hamwe n’Uburundi. Igihugu ca Gabon cari kimaze imyaka igera kuri itanu cikurikiranya kwitaba inkino z’igikombe ca Afrika, mbere rimwe na rimwe kigashika mu bice vya nyuma vy’iryo higanwa. Inyuma y’urwo rukino, abantu batandukanye barakeje Intamba mu rugamba, n’umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba atatanzwe kwandika ku muhora wiwe wa Twitter ko abakinyi b’Intamba mu rugamba bateye iteke Uburundi ry’akataraboneka : “Turakeje kandi turashimiye Intamba mu Rugamba kw’Iteka ry’Akataraboneka bateye Uburundi mu kubushikana ubwa mbere mu nkino za nyuma z’Imirwi Nserukirabihugu vya Afirika.Turashimiye Imana kandi ntituzohengeshanya gushigikira Inkino no kwinonora imitsi.”
Umukuru w’igihugu c’Uburundi yabonanye n’abakinyi b’Intamba biteguriye urukino rudasanzwe
Imbere y’amasaha make kugira Uburundi butane mu mitwe n’igihugu ca Gabon, mu nkino z’ukurondera uburenganzira bw’ukuja mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afrika (Coupe d’Afrique des Nations), umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yabonanye ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu n’abakinyi b’umurwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba. Jean Claude Karerwa Ndenzako, umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi amenyesha ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yabonanye n’abo bakinyi mu ntumbero y’ukubatera intege, ku rukino rudasanzwe bazokina kuri uwu wa gatandatu n’igihugu ca Gabon. Muri urwo rukino, Uburundi busabwa gutsinda canke kunganya na Gabon, kugira bwitabe ku ncuro ya mbere ihigana ry’igikombe ca Afrika (Coupe d’Afrique des Nations).
Umumenyereza w’Intamba yemeza ko yiteguriye urukino ruhuza Uburundi na Congo Brazzaville kuri uwu wa gatatu
Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 23 amenyesha ko abakinyi biwe bifashe neza kandi ko rukino rubahuza n’umurwi nserukiragihugu wa Congo Brazzaville kuri uwu wa gatatu ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore barwiteguriye neza. Omar Ntakagero ashikiriza ko n’aho abakinyi afise bashitse mu mwiherero (Local) barushe, ababijejwe bakoze ibishoboka vyose kugira batangure kwitegurira urwo rukino bameze neza. “Omar Ntakagero, umumenyereza w’intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 23 : “Gushika ubu abakinyi bose bameze neza, uravye tukibaronka kuwa mbere, twabaronse barushe kubera championnat twari tuvuyemwo, bakinye match umunani mu ndwi zitatu, mugabo ubu abaganga barakoze uko bashoboye. Muri uwu mwanya bameze neza gose. Ntawurwaye, barakomeye, bameze neza, barindiriye gukina match gusa.” Uburundi butana mu mitwe na Congo Brazzaville kuri uwu wa gatatu isaha icenda, urukino rw’ugusubiriza rukazoca ruba ku munsi wa kabiri w’indwi iza.
Abakinyi 26 b’Uburundi biteguriye guhura na Congo Brazzaville batangura umwiherero kuri uwu wa mbere
Umumenyereza w’Intamba mu rugamba abakinyi badashikana imyaka 23 yatumyeko abakinyi 26 bagiye kwitegurira urukino ruzohuza Uburundi na Congo Brazzaville ruzoba kw’igenekerezo rya 20 Ntwarante 2019, ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore. Abo bakinyi batumweko batangura umwiherero kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 11 Ntwarante 2019, isaha icenda n’iminota mirongo itatu (15h30), kuri Centre Technique National). Abakinyi batumweko ni : 1.Rukundo Onesime(Messager ngozi) 2.Mutombora Fabien(Vipers) 3.Ndizeye Aimé Fales(Aigle noir) 4.Moussa Muryango(Vital’o Fc) 5.Éric Ndizeye(Musongati) 6.Moussa Omar(Sofapaka) 7.Chancel Ndaye (Tcheque) 8.Kashindi Joseph(Musongati) 9.Ndikumana Chris(Musongati) 10.Bigirimana Ramadhan(Stand United) 11.Nahimana Moussa(Global football academy) 12.Nyange Yousouf(Aigle noir) 13.Shabani Muryango Mabano (Aigle noir) 14.Ndikumana Moussa(Bujumbura city) 15.Ndikumana Trésor(Amagaju) 16.Iddy Museremu(Messager ngozi) 17.Kanakimana Bienvenue(Aigle noir) 18.Aoron Musore(Musongati) 19.Amissi Mohamed(Nac breda) 20.Mavugo Cédric (Aigle noir) 21.Saïdi Irakoze(Musongati Fc) 22.Gakiza Aimé (Messager Bujumbura) 23.Shaka Bienvenue(Etoile du Sahel) 24.Éric Ndoriyobija(Stand united) 25.Jules Ulimwengu(Rayon sport) 26.Kubuntu Ismaïl(L.L.B S4a).
Aigle Noir FC yahawe igikombe c’ihiganwa risigaje iminsi ine
Umurwi wa Aigle Noir wo mu ntara ya Makamba washikirijwe kuri uwu wa gatatu igikombe c’ihiganwa rya Primus Ligue umwaka w’2018 risigaje inkino z’iminsi ine kugira risozerwe. Vy’intahinduka, uwo murwi wa Aigle Noir niwo uri mu kibanza ca mbere mbere, ukaba usumvya amanota cumi n’atatu yose umurwi wa kabiri ariwo Musongati FC. Urukino rwabaye kuri uwu wa gatatu ku kibuga INGOMA co mu ntara ya Gitega nirwo rwategerezwa kwerekana ko umurwi wa Aigle Noir FC utahukanye ikibanza ca mbere mw’ihiganwa rya PRIMUS Ligue. Aigle Noir yasabwa gutsinda canke kunganya na Olympic Star y’i Muyinga. Aigle Noir FC yatsinzwe ariko muri urwo rukino rwaheze ari 2 kuri 3 vya Olympic Star.  Ntivyabujije ariko ko uwo murwi wa Aigle Noir ufata vy’intahinduka ikibanza ca mbere muri Primus Ligue, kubera ku rundi ruhande, Musongati FC yanganije kimwe ku kindi na Flambeau du Centre. Mukumva ko n’aho Olympic Star yatsinze Aigle Noir FC ataco vyahinduye ku kibanza ca mbere uwo murwi watahukanye. Igikombe c’ihiganwa rya Primus Ligue caciye gishikirizwa ku mugaragaro uwo murwi, mbere na Fondation PAX Burundi uwo murwi Aigle Noir ukomokako ikaba yaciye iboneraho akaryo ko guha uwo murwi agashimwe k’ibahasha y’amafaranga y’amarundi imiriyoni cumi na zibiri n’ibihumbi amajana atanu (12.500.000 Frs Bu), y’ugukeza abakinyi n’umumenyereza kuri ico gikombe batahukanye.
Uko imirwi yatsindanye muri 1/8 igikombe c’umukuru w’igihugu
Inkino z’igice c’umunani gishira ica nyuma c’ihiganwa ry’igikombe citiriwe umukuru w’Igihugu zarabaye mu mpera z’iyi ndwi ku magenekerezo ya 2 na 3 Ntwarante 2019. Ingene imirwi yose yatsindanye muri ico gice c’umunani gishira ica nyuma Aigle noir 4-1 Lumière de Mwumba Messager buja 0-0 Kayanza United (
Tirs au but 1-4) Les lierres 0-3 Llb Mosso sugar 0-1 Rukinzo Flambeau de l’Est 0-1 Messager Ngozi Flambeau du centre 0-2 Musongati Top junior 1-2 Ngozi city Buja city 0-1 Inter star Ingene imirwi izotana mu mitwe mu gice ca kane canyuma (1/4 de final) Musongati vs Ngozi city Aigle noir vs Llb Messager Ngozi vs Inter star Rukinzo vs Kayanza United
Vital’O yungutse amanota atatu, Aigle Noir nayo yitezwe kuri uwu wa gatatu
Ihiganwa rya Primus Ligue ryabandanije kuri uwu wa kabiri, ku munsi waryo wa 25, umurwi wa Vital’o uri mu kibanza ca gatatu watsinze kimwe ku busa Lydia Ludic, Bujumbura City nayo itsindwa bine kuri bitatu na Bumamuru FC yo mu ntara ya Cibitoke. Vy’imfatakibanza twovuga ko Vital’O FC yasimbiye mu kibanza ca kabiri, ikaba inganya na Musongani amanota nayo iza gukina kuri uwu wa gatatu na Flambeau de l’Est. Uko imirwi iza guhura kuri uwu wa gatatu Iryo higanwa rirabandanya kuri uwu wa gatatu, Ngozi City ikina na Rukinzo FC isaha indwi ku kibuga Urukundo c’i Ngozi, Olympic Star itane mu mitwe na Messager Ngozi isaha icenda ku kibuga c’i Muyinga. Ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore, Messager Bujumbura ihura na Flambeau du Centre isaha indwi n’iminota mirongo itatu. Igihe c’isaha icumi, kuri ico kibuga nyene citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore, Aigle Noir iri mu kibanza ca mbere ikina na Les Lierres, Kayanza United nayo ikine na Athletico Olympic isaha icenda n’iminota 30 ku kibuga Urukundo c’i Ngozi. Ku kibuga INGOMA c’i Gitega, Musongati FC iri mu kibanza ca kabiri ikina na Flambeau de l’Est igihe c’isaha icenda.
Abakinyi 25 b’Intamba mu rugamba batumweko kwitegurira urukino rudasanzwe rw’Uburundi na Gabon
Umumenyereza mukuru w’Intamba mu rugamba Olivier NIYUNGEKO batazira Mutombola ahejeje gushira ahabona amazina 25 y’abakinyi b’umurwi mukuru (senior) nserukiragihugu w’Uburundi batumweko kwitegurira urukino rudasanzwe ruzohuza Uburundi na Gabon kw’igenekerezo rya 23 Ntwarante 2019. Urwo rukino nirwo ruzokwerekana namba Uburundi buzokwitaba ihiganwa ry’igikombe ca Afrika ku ncuro ya mbere. Aho ni mu gihe INTAMBA MU RUGAMBA zotsinda canke zikanganya na Gabon. Abo bakinyi 25 b’INTAMBA MU RUGAMBA nibo batumweko, mbere bikavugwa ko n’ubutumire bamaze kuburungikirwa kugira imirwi bakinamwo ibaronse akanya ko kuja i Bujumbura. Abatumweko 1. NAHIMANA Jonathan : KMC ( Tanzanie )
2. NDIKUMANA Justin: SOFAPAKA (Kenya )
3. ARAKAZA MC Arthur : Lusaka Dynamos ( Zambia)
4. NSABIYUMVA Frédéric : CHIPPA UTD( RSA)
5. MOUSSA Omar : SOFAPAKA
6. NGANDO Omar : ASK (Rwanda)
7. HARERIMANA R.Léon : ASK
8. NSHIMIRIMANA David : MUKURA VS
9. NDUWARUGIRA Christophe : AMORA TB Saad ( Portugal )
10. NIZIGIYIMANA A.Karim : Vipers FC ( Uganda )
11. DUHAYINDAVYI Gael: Mukura
12. BIGIRIMANA GAEL : Hibernian ( Ecosse )
13. KWIZERA Pierre : Al Oruba ( Oman ) 14. Papy Faty : Malanti Chiefs (Swaziland)
15. NAHIMANA Shassiri : AL MOJZEL ( A.Saoudite)
16. MUSTAFA Francis: Gor mahia ( Kenya)
17. SHABANI Hussein : Ethiopian Coffee FC ( Ethiopia )
18. AMISSI Cédric : ALT’awoun ( A. Saoudite)
19. BERAHINO Saido : Stoke City ( England)
20. Fiston Abdoul : JSK ( Algerie )
21. SABUMUKAMA Enock : Zesco Utd( Zambia)
22. NDIKUMANA Y.Selemani: AL ADALAH ( Ar. Saoudite )
23. AMISSI Mohamed: Global Football Academy : Hollande
24. MAVUGO Laudit : Napsa Stars ( Zambia) 25. SHAKA Bienvenue: Etoile du Sahel (Tunisie) 25 JOUEURS CONVOQUÉS POUR LE MATCH BURUNDI-GABONLe sélectionneur de l’équipe nationale séniore Olivier NIYUNGEKO a convoqué une liste de 25 joueurs pour le match Retour BURUNDI-GABON… https://t.co/W31skIIEij — F.F.B (@FFB_Burundi) February 26, 2019
Messager Bujumbura ibarizwa mu kibanza ca nyuma ca Primus Ligue
Umurwi wa Messager Bujumbura uri mu kibanza ca 16 ari naco ca nyuma, mw’ihiganwa rya Primus Ligue risigaje indwi zine gusa. Aigle Noir iracari mu kibanza ca mbere muri iryo higanwa rigeze ku ndwi yaryo (Journée) ya 24. Amahirwe akaba ari menshi ko igikombe c’iryo higanwa gitahukanwa na Aigle Noir ifise amanota 58, inyuma y’aho inganije ubusa ku bundi na Flambeau de l’Est, mu mpera z’iyi ndwi twaraye dusozereye. N’aho Aigle Noir yanganije na Flambeau de l’Est, uwo murwi wagumye kw’isonga ry’ihiganwa, ukaba urusha amanota 12 yose Musongati FC iri mu kibanza ca kabiri. Uko imirwi yatsindanye ku bibuga bitandukanye, ahabereye izo nkino z’indwi ya 24 : Vital’O FC iri mu kibanza ca gatatu yatsinze bitatu ku busa Messager Bujumbura isanzwe iri mu kibanza ca nyuma, Flambeau de l’Est iri mu kibanza ca 15 inganya ubusa ku bundi na Aigle Noir iri mu kibanza ca mbere. Ngozi City iri mu kibanza ca gatandatu nayo nyene yanganije ubusa ku bundi na Musongati FC iri mu kibanza ca kabiri. Bumamuru yo mu kibanza c’icenda yatsize bibiri kuri kimwe Kayanza United igeze mu kibanza ca 12, Les Lierres iri mu kibanza c’umunani itsinda bitatu kuri kimwe Lydia Ludic igeze mu kibanza ca 14. Rukinzo FC y’igiporisi c’Uburundi iri mu kibanza c’indwi yatsinze bibiri ku busa Buja City iri mu kibanza ca gatanu, Messager Ngozi ya kane itsinda bitatu kuri kimwe Athletico Olympic y’icumi. Olympic Star y’I muyinga iri mu kibanza ca 13 yatsinze bibiri kuri kimwe Flambeau du Centre igeze mu kibanza ca 11.  Uko imirwi irushana amanota ku ndwi ya 24
Rwanda : Umukinyi w’umurundi Gael DUHAYINDAVYI yahawe agashimwe
Duhayindavyi Gael umukinyi w’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu rugamba, akina mu murwi wa Mukura FC wo mu gihugu c’Urwanda niwe yatahukanye agashimwe k’umukinyi yigenjeje neza muri uwo murwi, mu kwezi kwa Nzero 2019. Ako gashimwe gatangwa na Generation Mukura Victory Sport Fan Club. Generation Mukura Victory Sport Fan Club (Generation MVS Fan Club) ni urunani rw’abakunzi b’umurwi wa Mukura Victory Sport bagiye hamwe kuva mu mwaka w’2018. Duhayindavyi Gael azwi mu Burundi mu mirwi ya Flamengo na Vital’O yashikirijwe ako gashimwe kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 22 Ruhuhuma 2019, akaba abaye umukinyi w’umurundi agira kabiri atahukanye ako gashimwe muri uwo murwi wa Mukura FC. Uwaheruka ni umukinyi w’inyuma, Nshimirimana David. Gael Duhayindavyi asanzwe akina hagati mu kibuga akaba ari nawe cegera ca kizigenza w’umurwi wa Mukura FC, mu kwezi kwa Nzero 2019, yafashije umurwi wiwe gutsinda mu nkino zitandukanye. Ako gashimwe kagizwe n’igikombe, hamwe n’ibahasha y’amafaranga atamenyekanye igitigiri.
Primus Ligue : Uko imirwi yatsindanye ku ndwi ya 23
Umurwi wa Aigle Noir niwo ukiri kw’isonga mw’ihiganwa rya Primus Ligue rigeze ku ndwi yaryo (Journée) ya 23. Iryo higanwa risigaje indwi zitanu gusa, amahirwe akaba ari menshi ko igikombe c’iryo higanwa gitahukanwa na Aigle Noir ifise amanota 57, uwo murwi ukaba urusha amanota 12 yose Musongati FC iri mu kibanza ca kabiri. Turagaruka no ku mukinyi Christophe NDUWARUGIRA batazira Lucio yaguzwe n’umurwi wo mu gihugu ca Portugal. Inkino z’indwi ya 23 zabaye kuri uwu wa kabiri hamwe no ku munsi wa gatatu. Uko imirwi yatsindanye ku bibuga bitandukanye, ahabereye izo nkino : Kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2019, Bujumbura City yatsinze 2 ku busa bwa Flambeau de l’Est ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore. Rukinzo FC iherutse kugurisha mu gihugu ca Tcheque umukinyi wayo w’inyuma NDAYE Chancel yatsinzwe kimwe ku busa na Messager Bujumbura isanzwe iri mu kibanza ca nyuma c’ihiganwa rya Primus Ligue. Urwo rukino rwabereye ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE. Ki kibuga URUKUNDO kiri mu ntara ya Ngozi, Musongati FC yatsinze 2 kuri 1 Kayanza United y’umuhuza w’Abarundi Edouard NDUWIMANA. Flambeau du centre yirahiye 3 ku busa les Lierres FC ku kibuga INGOMA co mu ntara ya Gitega. Kuri uwu wa gatatu naho igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2019, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE, Messager Ngozi yatsinze 3 kuri kimwe Bumumaru FC. Abakunzi ba Messager Ngozi bari basikanye n’iyonka gushigikira uwo murwi wabo ugeze mu kibanza ca gatanu. Mu nzira y’ugusubira i Ngozi, ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu inyuma y’urukino, abo bakunzi ba Messager Ngozi baragize isanganya, abagera hafi kuri 20 barakomereka, bakaba bariko bavurirwa mu bitaro bitandukanye. Lydia Ludic Burundi Sports for Africa yatsinzwe kimwe ku busa na Atletico Olympic ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE. Ku kibuga UMUCO co mu ntara ya Muyinga, Vital’O yatsinze 2 ku busa Olympic Star, mu gihe kuri uwo munsi nyene, ku kibuga INGOMA c’i Gitega, Ngozi City yatsinzwe nk’iyitaje, ibitsindo 5 kuri kimwe. Mu makuru y’inkino nyene, twobamenyesha ko umukinyi w’intamba mu rugumba, ari mu batangura mu kibuga, Christophe NDUWARUGIRA batazira Lucio yari amaze igihe ata murwi afise, akaba yaguzwe mu murwi wa AMORA FC wo mu cicaro ca gatatu mu gihugu ca Portugal, nk’uko tubikesha urubuga ngurukanabumenyi rw’uwo murwi AMORA Futebol clube.  Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi INTAMBA MU RUGAMBA witeguriye urukino rukomeye hagati y’Uburundi na Gabon ruzoba mu mpera z’ukwezi kwa gatatu. Mu gihe Uburundi bwotsinda canke bukanganya na Gabon, ku ncuro ya mbere ibendera ry’Uburundi rizoduzwa mu nkino z’igikombe ca Afrika (Coupe d’Afrique des Nations). Uko imirwi irushana amanota mw’ihiganwa rya Primus Ligue rigeze ku ndwi yaryo ya 23
Umukinyi w’umurundi Saido Berahino yahagaritswe n’igiporisi c’Ubwongereza
Umukinyi w’umurundi Saido Berahino akinira umugwi wa Stoke City mu Bwongereza yahagaritswe kuri uwu wa mbere mu gisagara ca Londres, yiketswe ko yariko agendesha imodoka yanyoye inzoga. Uwo mukinyi w’imyaka 25 y’amavuka yahagaritswe inyuma y’aho igiporisi kironkeye inkuru zavuga ko hari ibintu bitariko bigenda neza kw’ibarabara Great Russell nk’igihe c’isaha icumi n’imwe z’ubucagucagu mu masaha yo mu Burundi mu gace ka West End. Igiporisi c’Ubwongereza kivuga ko kihashitse cabonye imodoka yariko igendeshwa ku muvuduko udasanzwe. Nk’uko amakuru dukesha BBC abivuga, iyo modoka yaciye itegekwa guhagarara ahitwa Bedford Square hanyuma umugabo w’imyaka 25 aca arahagarikwa yiketswe ko yariko agendesha imodoka yanyoye inzoga. Igiporisi c’Ubwongereza kivuga ko umurundi Saido Berahino yabwiye abaporisi ko yari yatewe n’abasuma kw’ibarabara rya Great Russell. Abaporisi nabo bavuga ko yababwiye y’uko akarwi k’abasore kateye imodoka yiwe kw’iryo barabara kanamwiba n’isaha yiwe. Abajejwe umutekano ntibarahagarika umuntu n’umwe kuri ivyo Berahino avuga ko yari yibwe, ariko mu bakemeza ko amatohoza abandanya. Umugwi Stoke City ntaco washimye gushikiriza kuri iryo hagarikwa rya Berahino, ariko vyumvikana ko ico kibazo kizokwigwa hagati mu murwi hisunzwe amategeko agenga inyifato y’umurwi usanzwe uri mw’ihiganwa. Berahino Saido, umwe mu bakinyi bakomeye b’Intamba mu rugamba amaze gutsinda ibitsindo bitanu mu nkino 26 amaze gukinira uwo mugwi wa Stoke City, mw’ihiganwa ry’uno mwaka w’2019.
Aigle Noir mu kibanza ca mbere ku minsi umunani ihiganwa risigaje
Umurwi wa Aigle Noir, amanota 54, niwo uza kw’isonga mw’ihiganwa rya Primus Ligue risigaje inkino umunani kugira rihere. Messager Bujumbura iza mu kibanza ca nyuma n’amanota 17. Kuri uwu wa gatandatu no kuw’Imana akaba ariho hakinwe inkino z’umunsi wa 22. Muri izo nkino, Bumamuru yatsinze kimwe ku busa Rukinzo, Messager Bujumbura nayo itsindwa bitanu kuri kimwe na Messager Ngozi. Athletico Olympic yatsinze bitatu ku busa Olympic Star, Flambeau de l’Est itsindwa bibiri kuri kimwe na Flambeau. Kayanza United yatsinzwe bibiri kuri kimwe na Buja City, Les Lierres itsinda kimwe ku busa Ngozi City. Musongati yatsinzwe kimwe ku busa na Vital’O FC nayo Lydia Ludic Burundi itsindwa bitandatu kuri kimwe na Aigle Noir. Inyuma y’inkino zose, imirwi itatu ya nyuma niyo izokorokera mu cicaro ca kabiri. Uko imirwi irushana amanota  Uko imirwi yatsindanye
CHAN : Abakinyi 25 b’Intamba mu rugamba batumweko kwitegurira urukino rwa Uganda
Umumenyereza w’Intamba mu rugamba z’abakinyi bakinira mu Burundi (Les Locaux) yatumyeko abakinyi 25 bagiye kwitegurira urukino rw’ugusubiriza ruzohuza Uburundi na Uganda mu gisagara ca Kampala kw’igenekerezo rya 19 Gitugutu 2019. Urwo rukino ni urwo kurondera imirwi izokwitaba ihiganwa rya CHAN 2020. Mu rukino rwa mbere Uganda yari yatsinze Uburundi bitatu ku busa. Abakinyi 25 batumweko ni : 1. RUKUNDO Onesime (MESSAGER NGOZI)
2. RUGERINYANGE Joseph (VITAL’O)
3. HAILE Shalom (LLB)
4. NDIZEYE Eric (MUSONGATI)
5. HARERIMANA Emmanuel (BUJA CITY)
6. AMIN Abdoul (MESSAGER NGOZI)
7. NDIKUMANA Faustin (RUKINZO)
8. NGABONZIZA Blanchard (AIGLE NOIR C.S)
9. NDIKUMANA Asman (AIGLE NOIR C.S)
10. HARERIMANA Lewis (INTER STAR)
11. URASENGA Cedric Danny (MESSAGER NGOZI)
12. BIGIRIMANA Abedi (RUKINZO)
13. RUKUNDO Therence ( KAYANZA UTD)
14. GASONGO Benjamin ( AIGLE NOIR C.S)
15. MASSUD Narcisse (AIGLE NOIR C.S)
16. MUSEREMU Iddy (MESSAGER NGOZI)
17. GAKIZA Aimé (FLAMBEAU DU CENTRE)
18. BYAMUNGU Raoul (BUMAMURU)
19. NDIKUMANA Landry (KAYANZA UTD)
20. MAVUGO Cedric (AIGLE NOIR C.S)
21. BAYIZERE Olivier (MESSAGER NGOZI)
22. KARIKERA Ibrahim (MESSAGER NGOZI)
23. TUYIHIMBAZE Gilbert (BUJA CITY)
24. NDAYISMIYE Youssouf Nyange (AIGLE NOIR C.S)
25. MUHINDO Fundi Trésor (LLB)
Urutonde rw’abakinyi 18 b’Intamba bagiye i Dar Es Salaam mu rukino rw’ugusubiriza na Tanzania
Abakinyi cumi n’umunani b’Intamba mu rugamba nibo buriye indege kuri uwu wa kane berekeza mu gihugu ca Tanzania i Dar Es Salaam, aho bagiye gukina urukino rw’ugusubiriza ruzohuza kuri uwu w’Imana Uburundi na Tanzania. Abo bakinyi bafashe urugendo igihe c’isaha indwi n’iminota mirongo itatu z’umurango, bakaba bagiye guhiganirwa itike y’ukuzokwitaba igikombe c’isi yose (Coupe du Monde) kizobera mu gihugu ca Qatar mu mwaka w’2022. Pierrot Kwizera, umukinyi wo hagati yakomeretse mu rukino rwo kuri uwu wa gatatu ntari ku rutonde rw’intamba zerekeje i Dar Es Salaam muri Tanzania, abandi batari ku rutonde ariko bari baratumweko mu myimenyerezo akaba ari nk’abasatirizi Laudit Mavugo aheruka kugurwa mu gihugu ca Maroc, Jules Ulimwengu akina muri Rayon Sports mu gihugu c’Urwanda, Mustapfa Francis, Shabani Hussein batazira Tchabalala, n’abandi. Mu rukino rwa mbere rwabaye kuri uwu wa gatatu, Uburundi bwanganije kimwe ku kindi na Tanzania. Abakinyi 18 bafashe urugendo rugana i Dar Es Salaam ni :
Intamba U-15 : Abakinyi 19 bagiye guserukira Uburundi muri Erythrée
Umurwi ujejwe ubuhinga mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi washize ahabona kuri uwu wa kabiri urutonde rw’abakinyi 19 batarenza imyaka 15 (U-15) bagiye kwitaba inkino za CECAFA zizobera mu gihugu ca Erythrée, kuva igenekerezo rya 16 Myandagaro gushika kw’igenekerezo rya mbere Nyakanga 2019. Urwo rutonde rusohotse inyuma y’imyimenyerezo yari imaze iminsi ibera kuri Centre Technique National. Abo bakinyi bazofata urugendo muri iyi ndwi, urukino rwa mbere rw’Uburundi narwo rukaba ruzoba kuri uwu wa kane igenekerezo rya 15 Myandagaro 2019. Urutonde rw’abazoserukira Uburundi (Intamba U-15) Abanyezamu 1. NTIRANDEKURA Eloge
2. IRANKUNDA Osa0na Abakinyi b’inyuma 3. ICOYITUNGIYE Kévin
4. HAKIZIMANA Ally
5. BARITONDA Fleury
6. NGABIRANO Slim
7. BAYISENGE Ibrahim Abakinyi bo hagati 8. TUYIZERE Uledi
9. IRAKOZE Jean Darcy
10. SHAKA Bruce Landry
11. ARAKAZA Tonny
12. BAYISENGE Aboubacar
13. MANIRAKIZA Houzaifa
14. IGIRANEZA Adelard Abasatirizi 15. DJUMA Jaffari
16. MUGISHA Adamo
17. INTEYITEKA Florien
18. ITERITEKA Jean Charlemagne
19. NDUWIMANA Patrick
Basketball : Gymkana yafashe ikibanza ca mbere mw’ihiganwa ritarahera
Umurwi wa Gymkana  niwo wafashe ikibanza ca mbere mw’ihiganwa ry’umupira w’amaboko (Basketball) ry’i Bujumbura. Inyuma y’inkino zabaye mu mpera y’iyi ndwi, niho uwo murwi wamenyekana ko utahukanye ikibanza ca mbere, iyindi mirwi iri muri iryo higanwa ikaba ihiganirwa ibibanza bisigaye. Mu rukino rutari rworoshe, Gymkhana yatsinze Dynamo ku manota 69 kuri 67
Imirwi ine igiye kubandanya ihiganwa ry’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu yamenyekanye
Igice ca kane gishira ica nyuma c’ihiganwa ry’igikombe c’umukuru w’igihugu gihejeje kurangira ku mugoroba wo kuri uwu wa gatandatu mu nkino zabareye ku bibuga bitandukanye. Imirwi ine niyo isigaye mw’ihiganwa, ikaba igiye kuzokina igice ca kabiri gishira ica nyuma. Ku kibuga Ingoma co mu ntara ya Gitega, Messager Ngozi ihejeje gusezera ihiganwa, kuko yatsinzwe na Inter Stars ibitsindo bine kuri bibiri. Aigle Noir isanzwe ariyo ifise igikombe c’ihiganwa rya Primus Ligue yirahiye Lydia Ludic ibitsindo bitatu ku busa, i Muyinga naho ku kibuga Umuco. Musongati FC yatsinze kimwe ku busa na Ngozi City ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, Rukinzo FC nayo nyene itsinda kimwe ku busa Kayanza United, ku kibuga Urumuri co mu ntara ya Ruyigi. Imirwi ine niyo igiye kubandanya mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, iyo nayo akaba ari Inter Stars, Aigle Noir, Ngozi City, hamwe na Rukinzo FC.
Messager Buja ibarizwa mu kibanza ca nyuma ca Primus Ligue yatsinzwe na Les Lierres
Ihiganwa rya Primus Ligue ryarabandanije kuri uwu w’Imana ku munsi waryo wa 28, imirwi umunani akaba ariyo yakinye. Umurwi wa Musongati FC niwo uri mu kibanza ca kabiri, ukaba ukurikira umurwi wa Aigle Noir FC ugeze ku manota 62, ukaba kandi usanzwe yaramaze guhabwa igikombe c’iryo higanwa. Kuri uwu w’Imana, Athletico Olympic yanganije kimwe ku kindi na Bumamuru FC, umurwi wa Kayanza United ugeze mu kibanza ca 12 utsindwa bibiri ku busa na LLBS4A. Ngozi City yatsinzwe bibiri kuri kimwe na Flambeau du Centre, Rukinzo FC itsinda kimwe ku busa Vital’O ya Kanyenkore Gilbert batazira “Yaoundé” igeze mu kibanza ca gatatu. Uko imirwi irushana amanota  Uko Imirwi yatsindanye ku munsi wa 28 wa Primus Ligue
Primus Ligue : Uko imirwi yatsindanye n’inkino zitegekanijwe kuri uwu w’Imana
Ihiganwa rya Primus Ligue ryabandanije kuri uwu wa gatandatu mu munsi waryo wa 28, inkino zikaba zabereye ku bubuga bitandukanye mu gisagara ca Bujumbura hamwe no mu gihugu hagati. Umurwi wa Aigle Noir FC usanzwe waramaze gutahukana igikombe ca Primus Ligue wahuye na Messager Ngozi ku kibuga Urukundo c’i Ngozi. Iyo mirwi yompi yanganije ubusa ku bundi. Les Lierres yatsinze bitatu kuri kimwe Messager Bujumbura, Musongati FC nayo inganya kimwe ku kindi na Bujumbura City. Olympic Star nayo yanganije ubusa ku bundi na Flambeau de l’Est. Iryo higanwa rya Primus Ligue rirabandanya kuri uwu w’Imana, Athletico Olympic ikina Bumamuru FC ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore isaha indwi (13h). Kuri ico kibuga nyene, Vital’O FC ikina na Rukinzo FC isaha icumi (16h). Ku kibuga citiriwe Urukundo mu ntara ya Ngozi, Kayanza United ihura na LLBS4A isaha indwi (13h), kuri ico kibuga nyene, isaha icenda n’iminota mirongo itatu (15h30), Ngozi City ihure na Flambeau du centre.
CAN U23 : Uburundi bwasezeye ihiganwa
Uburundi bwasezeye ihiganwa ry’ukurondera imirwi nserukirabihugu izokwitaba igikombe ca Afrika c’abakinyi batarenza imyaka 23. Intamba mu rugamba zisezeye iryo higanwa inyuma y’ugutsindwa kuri uwu wa kabiri ibitsindo bibiri vya Congo Brazzaville kuri kumwe c’Uburundi. Mu rukino rwa mbere, iyo mirwi yompi yari yanganije ubusa ku bundi i Bujumbura. Muri urwo rukino rw’ugusubiriza, Uburundi bwasabwa gutsinda canke kunganya na Congo Brazzaville, kugira bubandanye ihiganwa ry’ukurondera itike y’ukuzoja mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afrika c’abatarenza imyaka 23, nk’uko Intamba z’abakuze (Senior) zabikoze ku munsi wa gatandatu mu kwironkera uburenganzira bw’ukuzokwitaba ihiganwa ry’igikombe ca Afrika kizobera mu gihugu ca Egypte, mu kwezi kwa gatandatu 2019. Igice ca mbere caheze ari igitsindo kimwe c’Uburundi ku busa bwa Congo Brazzaville, igitsindo cinjijwe n’umukinyi Kanakimana Bienvenu, umusatirizi wa Aigle Noir FC amaze iminsi avyifatamwo neza, akaba mbere aheruka kugurwa n’umurwi wo muri République Tchèque, ku mubagane wa Buraya. Mu gice ca kabiri, mu minota ya nyuma y’urukino, Congo Brazzaville yaragomboye ico gitsindo, yongera itsinda ica kabiri mu mwanya w’agasunuzo (Temps Additionnel), kuri “Penalty” yatanzwe n’umusifuzi. Uburundi buba burasezeye ihiganwa. Abakinyi b’Uburundi batanguye mu kibuga ni : Mutombola Fabien (Umunyegori), Muryango Moussa, Ndizeye Eric, Ndaye Chancel, Ndikumana Tresor, Muryango Mabano Shabani, Ndayishimiye Youssuf, Museremu Iddy, Kanakimana Bienvenu, Ulimwengu Jules hamwe na Irakoze Saidi.
U23 : Uburundi burakina urukino rw’ugusubiriza na Congo Brazzaville
Abakinyi b’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abatarenza imyaka 23 bari mu gihugu ca Congo Brazzaville aho bagiye gukina urukino rw’ugusubiriza ruhuza kuru uwu wa kabiri ivyo bihugu. Mu rukino rwa mbere rwaheze ari ubusa ku bundi. Nk’uko amakuru dukura muri Congo Brazzaville abimenyesha, abakinyi bose b’Uburundi bameze neza, bakaba mbere ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere baragize imyimenyerezo ku kibuga ca Masamba kiri aho i Brazzaville.  Urwo rukino rw’ugusubiriza rutangura igihe c’isaha icenda n’iminota mirongo itatu (15h30) ku masaha ya Brazzaville, ni ukuvuga isaha icumi n’iminota mirongo itatu ku masaha y’i Bujumbura (16h30). Mwomenya ariko Uburundi buza gukina budafise umusatirizi Amissi Mohammed w’imyaka 18 yari yavyifashemwo neza cane mu rukino rwa mbere, uwo akaba inyuma y’urwo rukino yaciye atwarwa gukina mu murwi nserukiragihugu w’abakuze(Senior) uheruka kuronka itike y’ukuzokwitaba inkino z’igikombe ca Afrika (CAN 2019). Umumenyereza Olivier Niyungeko yasiguye ko uwo mukinyi atashoboye kujana n’abandi muri Congo Brazzaville, kuko mukumusaba umurwi wiwe wa NEC BREDA wo mu gihugu ca Hollande, Uburundi bwavuze ko bamukeneye mu murwi nserukiragihugu w’abakuze (Senior). Kubw’umumenyereza Niyungeko, Uburundi bwashimye kwubahiriza ayo masezerano.
Intsinzi y’akataraboneka mu mateka y’umupira w’amaguru mu Burundi
Uburundi ku ncuro yabwo ya mbere kuva bubayeho, bwanditse kuri uwu wa gatandatu amateka mu rukino rw’umupira w’amaguru, mu kwironkera itike y’ukuzokwitaba ihiganwa ry’igikombe ca Afrika kizoba mu kwezi kwa gatandatu umwaka w’2019. Ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, imbere y’abarorerezi isinzi, igice ca mbere c’urukino caheze iyo mirwi yompi inganya ubusa ku bundi. Mu gice ca kabiri, Uburundi bwinjije igitsindo ca mbere catsinzwe na Amissi Cedric ku munota wa 74. Inyuma y’akanya gato, na Gabon yararonse igitsindo, umukinyi w’inyuma w’Uburundi Omar Ngando akaba ariwe yinjije mw’izamu rya Jonathan Nahimana asamira Intamba mu rugamba. Urukino rwaheze iyo mirwi inganya igitsindo kimwe ku kindi, ivyatumye Uburundi bubandanya ihiganwa, kuko bwarusha amanota Gabon ya Pierre Emerick Aubameyang yasabwa gutsinda urwo rukino. Mw’itsinda Uburundi burimwo, ibihugu bizokwitaba CAN 2019 izobera muri Egypte ni Mali hamwe n’Uburundi. Igihugu ca Gabon cari kimaze imyaka igera kuri itanu cikurikiranya kwitaba inkino z’igikombe ca Afrika, mbere rimwe na rimwe kigashika mu bice vya nyuma vy’iryo higanwa. Inyuma y’urwo rukino, abantu batandukanye barakeje Intamba mu rugamba, n’umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba atatanzwe kwandika ku muhora wiwe wa Twitter ko abakinyi b’Intamba mu rugamba bateye iteke Uburundi ry’akataraboneka : “Turakeje kandi turashimiye Intamba mu Rugamba kw’Iteka ry’Akataraboneka bateye Uburundi mu kubushikana ubwa mbere mu nkino za nyuma z’Imirwi Nserukirabihugu vya Afirika.Turashimiye Imana kandi ntituzohengeshanya gushigikira Inkino no kwinonora imitsi.”
Umukuru w’igihugu c’Uburundi yabonanye n’abakinyi b’Intamba biteguriye urukino rudasanzwe
Imbere y’amasaha make kugira Uburundi butane mu mitwe n’igihugu ca Gabon, mu nkino z’ukurondera uburenganzira bw’ukuja mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afrika (Coupe d’Afrique des Nations), umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yabonanye ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu n’abakinyi b’umurwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba. Jean Claude Karerwa Ndenzako, umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi amenyesha ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yabonanye n’abo bakinyi mu ntumbero y’ukubatera intege, ku rukino rudasanzwe bazokina kuri uwu wa gatandatu n’igihugu ca Gabon. Muri urwo rukino, Uburundi busabwa gutsinda canke kunganya na Gabon, kugira bwitabe ku ncuro ya mbere ihigana ry’igikombe ca Afrika (Coupe d’Afrique des Nations).
PSG yatsinze Manchester United, Real Madrid nayo irindiranwe igishika
Umurwi wa Paris Saint Germain wo mu gihugu c’Ubufaransa waraye utsinze mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri Manchester United ku kibuga cayo ca “Old Trafford”, mu nkino za mbere za 1/8 z’igikombe ca UEFA Champions League. Urukino rwaheze ari ibitsindo bibiri vya PSG ku busa bwa Manchester United. Inkino za mbere z’ugukuranamwo mu gikombe gihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Burayi zatanguye kuri uwu wa kabiri. Paris Saint-Germain yatsindiye iwabo Man-U mu gihe itari ifise abakinyi bayo b’ibihangange nka Neymar da Silva Santos Júnior hamwe na Edinson Roberto Cavani Gómez. Igice ca mbere caheze imirwi yompi inganya ubusa ku bundi. Igitsindo ca mbere ca PSG imenyerezwa na Thomas Tuchel cinjiye ku munota wa 53 gitsinzwe na n’umukinyi w’inyuma w’umufaransa Presnel Kimpembe ku mupira wavuye muri “Corner” yari itewe na Ángel Di María yahoze muri Man U. Inyuma y’iminota indwi gusa, ni ukuvuga ku munota wa 60, Ángel Di María nyene yatanze umupira mwiza ku musatirizi w’umufaransa Kylian Mbappe, uwo nawe ashiramwo igitsindo ca kabiri. Man U yaragerageje gusatira, ariko biba ivy’ubusa, uwo murwi ugira n’ikibazo c’umukinyi wawo akomeye wo hagati, umufaransa Paul Pobga yahawe ikarata itukura ku munota wa 89 kubera ikosa yakoreye Daniel Alvez. Urukino rwagiye guhera ari bibiri vya PSG, ku busa bwa Manchester United. Kuri uwu wa gatatu, inkino zitegekanijwe uku gukurikira : Ajax Vs  Real Madrid : isaha zine z’ijoro Tottenham Vs Borussia Dortmund : isaha zine z’ijoro.
Ligue B : Uko imirwi yo mu cicaro ca kabiri yatsindanye ku ndwi ya kane
Inkino z’ihiganwa rya Ligue B rirabandanya mu cicaro ca kabiri (Ligue B), zikaba zigeze ku ndwi igira iya kane. Mu mpera z’iyi ndwi, inkino zitandatu akaba arizo zabaye ku bibuga bitandukanye. Uko izo inkino z’indwi ya zane zagenze mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri mu Burundi (Ligue B) Les Jeunes Athletics 2-1 Rumonge City Burundi Sport Dynamic 2-0 Inter Star Mosso Sugar 1-1 Unité FC Lumière de Mwumba 3-1 Royal Top Junior 2-1 Buhumuza Delta Star 1-0 Busoni
Woba wari uzi uko abakinyi 11 b’umupira w’amaguru bitwa mu kirundi umwe wese ?
Abahinga n’abaronzi (abashakashatsi) batandukanye baheruka gukorana bigira hamwe ingene ikirundi cohinyanyurwa kugira kije ku rwego mpuzamakungu. Bimwe mu vyo abo bahinga basabwa kwiga, harimwo gusubira guhinyanyura ubwatuzo bw’ikirundi, kuraba ingene ivyigwa vy’ubuhinga bimwe bita «sciences» vyosigurwa mu kirundi. Kuri uwu wa mbere, tugaruka kuri umwe muri abo bahinga, Patrice NTAFATIRO, adushikiriza mu rurimi rw’ikirundi, igikorwa hamwe n’amazina y’abakinyi b’urukino rw’umupira w’amaguru, ahereye ku bakinyi b’inyuma, gushika ku bakinyi bose uko aba ari cumi n’umwe (11) baba bari mu kibuga. Patrice NTAFATIRO agirako kandi asigura n’igituma umwe wese yamuhaye iryo zina Abakinyi b’inyuma MUGATSĪTA canke MUBUVUNYI (La Défense) ABATSĪSI, ABAGOSI canke ABAVUNYI (Les défenseurs). Baratsīta, bakagota ABATÁSI n’ÁBATÊZI bashãka kwǐnjira mu rugó iwǎbo kubînjiza igitsîndo. Bavuna SÊRUGÓ/INÁRUGÓ abagômba kumútēra. No5: Ni MWŪGARIRO kukó umúrēnze ushikīra nêzá SÊRUGÓ/INÁRUGÓ mu nzu. Ni MFÚRA kukó “Imfúra imōta sé”. No4: Ni NKǏNGI kukó No5 arí MWŪGARIRO, harakenerwa “Ibikǐngi vy’îrêmbo”. Ni MUGÔNGO nk’ûkó igíti c’úmugôngo arí inkǐngi.
CAN U20 : Uburundi bwasezeye ihiganwa
Uburundi buhejeje gusezera ihiganwa ry’igikombe ca Afrika c’abakinyi badashikana imyaka 20, ihiganwa ririko ribera mu gihugu ca Niger. Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi uvuye mw’ihiganwa inyuma y’ugutsinda na Afrika y’epfo mu rukino rwabaye ku mugoroba wo kuri uwu wa gatanu. Urukino rwaheze ari igitsindo kimwe ku busa bwa Afrika y’epfo. Ico gitsindo ca Afrika y’epfo cinjiye mu minota ya mbere y’urukino, kw’ikosa ryakozwe n’abakinyi b’Intamba mu rugamba, umusifuzi atanga “Pénalty” yavuyemwo igitsindo. Urukino rwagiye kurangira imirwi yompi ata wundi asubiriye kubona izamu ry’uwundi. Intamba U20 zasabwa gutsinda urukino rukurikira bazokina na Afrika y’epfo kugira bashobore kuronka amahirwe yo kuja mu ca kabiri ca nyuma, ibitashoboye gukunda. Uburundi busezeye ihiganwa ku manota abiri gusa mu nkino zitatu bwakinye. Mu murwi Uburundi burimwo, mu gice ca kabiri gishira ica nyuma harenganye Afrika y’epfo na Nigeria, ibihugu vy’Uburundi na Niger yakiriye iryo higanwa bikaba bitahiye rimwe. Igice ca mbere c’ihiganwa giheze ibihugu biri mu murwi Uburundi burimwo irushanya amanota n’ibitsindo uku gukurikira : Nigeria : amanota 7, igitsindo 3 -Afrika y’epfo : amanota 5, igitsindo 2
-Niger : amanota 2, ibitsindo 4
-Burundi : inota 1, ibitsindo 3
Abakinyi 11 b’Uburundi bazotangura mu kibuga mu rukino na Afrika y’epfo
Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abadashikana imyaka 20 yashize ahabona umukenyuro azokoresha, mu rukino rudasanzwe ruzohuza kuri uwu wa gatanu Uburundi na Afrika y’epfo. Umumenyereza Joslin BIPFUBUSA yerekanye ko azokoresha ubuhinga bwa 3-5-2, aho abakinyi b’inyuma azoba ari batatu, batanu hagati, hamwe n’abasatirizi babiri. Intamba mu rugamba zifise igikorwa kidasanzwe c’ugutegerezwa gutsinda Afrika y’epfo, kugira amahirwe y’ukubandanya ihiganwa abe menshi. Urwo rukino ruzoba kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2019, i Niamey muri Niger, isaha cumi n’imwe n’iminota mirongo itatu. Gushika ubu imirwi irutana uku inyuma y’inkino zibiri zimaze gukinwa : -Nigeria:amanota 4, igitsindo 2
-Niger:amanota 2, ibitsindo4
-Afrika y’epfo:amanota 2, igitsindo 1
-Burundi:inota 1, ibitsindo 3 Intamba U20 zisabwa gutsinda urukino rukurikira bazokina na Afrika y’epfo kugira bashobore kuronka amahirwe yo kuja mu ca kabiri ca nyuma, aho ni mu gihe Nigeria izoba yatsinze mu rundi rukino.Igikorwa kigoye ariko gishoboka ku murwi w’Intamba z’abadashikana imyaka 20. Abakinyi cumi n’umwe bazotangura mu kibuga
FC Barcelona yanganije ku kibuga cayo na Real Madrid
FC Barcelona yanganije iri muhira na Real Madrid igitsindo kimwe ku kindi mu rukino rwa mbere rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma c’igikombe c’Umwami. Urwo rukino rwabaye mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu rusanzwe ruzwi nka “El Clásico”, rumwe mu nkino zikurikiranwa kurusha izindi kw’isi yose. “El Clásico” ihuza abakeba bo muri Espagne FC Barcelone na Real Madrid. Urwo rukino rwabereye mu kibuga ‘Camp Nou stadium’ ca FC Barcelona, rwitabirwa n’abantu ibihumbi 92 008, umukinyi rurangiranwa Lionel Messi wa FC Barcelona akaba atabonetse muri urwo rukino iminota 63 ya mbere, bitewe n’ikibazo c’imvune yagize mu mpera z’indwi iheze, mu rukino uwo murwi wanganijemwo nyene na Valencia CF mw’ihiganwa ryo muri Espagne. Umurwi wa Real Madrid niwo watanguye kubona izamu, ku gitsindo cinjijwe na Lucas Vázquez Iglesias ku mupira mwiza waduganwe imbere n’umunya Bresil Vinícius de Oliveira Júnior, awuhereza Karim Benzema, uwo nawe ahereza Vázquez ari nawe yaciye yinjiza ico gitsindo ca Real Madrid, igice ca mbere gihera ari kimwe ku busa FC bwa Barcelona. Mu gice ca kabiri, FC Barcelona y’umumenyereza Ernesto Valverde Tejedor yagarutse yariye amavubi, irasatira bikomeye, ibona kuronka igitsindo c’ugusubiriza mu ndumana Real Madrid cinjiye ku munota wa 57 gitsinzwe na Malcom Filipe Silva de Oliveira akomoka nawe nyene muri Brésil. Naho amagara atari yifashe neza, ku munota wa 63, umumenyereza Ernesto Valverde Tejedor wa FC Barcelona yinjije mu kibuga Lionel Messi asubiriye Coutinho, ku ruhande rwa Real Madrid naho, Gareth Bale asubirira Vinisius Jr. Isanamu y’urukino ntiyahindutse, n’aho abamenyereza bompi binjije abakinyi b’ibihangange, urukino rukaba rwagiye kurangira imirwi yompi inganya igitsindo kimwe kuri kimwe. Muri iyo mirwi ibiri, uwuzoja mu rukino rwa nyuma azamenyekana igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2019, inyuma y’urukino rw’ugusubiriza ruzobera ku kibuga ca Real Madrid, i Santiago Bernabéu, mu gisagara ca Madrid. Umurwi uzotsinda muri urwo rukino ukaba uzoca uhura n’uwuzoba yatsinze hagati ya Real Betis na Valencia CF.
CAN U20 : Uburundi bwanganije na Niger amahirwe aragabanuka
Amahirwe y’Uburundi y’ukubandanya ihiganwa ry’igikombe ca Afrika c’abadashikana imyaka 20 atera agabanuka, aho akaba ari inyuma y’aho Uburundi bunganije ibitsindo bitatu kuri bitatu, mu rukino rwahuje mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri Intamba mu rugamba n’umurwi nserukiragihugu wa Niger usanzwe ariwo wakiriye iryo higanwa. Mu rukino rwa mbere, Uburundi bwari bwatsinzwe na Nigeria bibiri ku busa. Umurwi nserukiragihugu wa Niger niwo watanguye gutsinda Uburundi, igice ca mbere gihera ari igitsindo kimwe ca Niger ku busa bw’Uburundi. Mu gice ca kabiri Niger yatsinze ikindi, biba bibaye bibiri ku busa bw’Uburundi. Umukinyi w’Uburundi yakorewe ikosa, Saidi IRAKOZE yinjiza “Pénalty”, biba bibaye bibiri vya Niger kuri kimwe c’Uburundi. Ntivyatevye, Niger yashizemwo ica gatatu, haheze iminota mike na Jules ULIMWENGU, hamwe na KANAKIMANA Bienvenu, batsindira Uburundi umwe wese igitsindo kimwe. Urukino rwagiye guhera ari ibitsindo bitatu kuri bitatu ku mpande zose. Amahirwe agenda aragabanuka ku Burundi, y’ukubandanya iryo higanwa, abakunzi b’intamba bakaba barindiriye ibizova mu rukino ruzohuza Uburundi na Afrika y’epfo bisabwa ko Uburundi butsinda. Mu murwi Uburundi burimwo, Nigeria iza mu kibanza ca mbere n’amanota 4, hagakurikira Niger ifise amanota 2, ikaba inganya na Afrika y’epfo nayo ifise amanota abiri. Uburundi buza mu kibanza ca nyuma n’inota rimwe.
Inkuru atari nziza ku bakunzi b’Intamba mu rugamba ziri muri Niger
Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abadashikana imyaka 20 uzokina urukino rwawo rwa kabiri kuri uwu wa kabiri nyene utagira umwe mu bakinyi bawo bakomeye, kandi batangura mu kibuga. MOHAMED Amissi asanzwe akina mu gihugu c’Ubuhorande mu murwi wa Nac Breda ntazoba ari mu kibuga kubera imvune (uguhinyagara) yagize mu rukino rwo ku munsi wa gatandatu na Nigeria. Nk’uko amakuru dukura i Niamey mu gihugu ca Niger abivuga, umusatirizi Amissi MOHAMED, inyuma y’ugusohoka kubera imvune, abaganga baherekeje umurwi nserukiragihugu w’Uburundi baragerageje kumuvura, akaba no mu myimenyerezo yo kuri uwu wa mbere yagerageje kuja mu kibuga biranka. Amahirwe rero si menshi ko uwo mukinyi yoba azoboneka mu rukino rw’ejo ku munsi wa kabiri, aho Uburundi buriko bwitegurira gutana mu mitwe n’igihugu ca Niger gisanzwe ari naco cakiriye izo nkino z’igikombe ca Afrika c’abadashikana imyaka 20. Mu rukino rwa mbere, naho Uburundi bwatsinzwe na Nigeria bibiri ku busa, umukinyi Amissi MOHAMED ari mu bakinyi bigenjeje neza mu kwerekana ubuhinga n’ugusatira kwo ku rwego rwo hejuru. Uburundi nta gitsindo canke inota buraronka muri iryo higanwa, bukaba buri mw’itsinda (Groupe) rimwe na Niger yakiriye iryo higanwa, igihugu ca Nigéria hamwe na Afrika y’epfo.
CAN_U20 : Uburundi bwatakaje urukino rwa mbere
Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abadashikana imyaka 20 watsinzwe mu rukino rwa mbere rwawuhuje n’igihugu ca Nigeria, mu rukino rwabaye mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu. Uburundi bwatsinzwe ibitsindo bibiri ku busa. Muri urwo rukino, igihe ca mbere caheze iyo mirwi yompi inganya ubusa ku bundi, umurwi nserukiragihugu wa Nigeria ukaba wagiye kwinjiza igitsindo cawo ca mbere ku munota wa 55, cinjijwe na Nazifi YAHAYA. Inyuma y’iminota 15 ico gitsindo ca mbere cinjiye, uwo murwi wa Nigeria washizemwo ica kabiri catsinzwe na Effiom MAXWELL, urukino ruca rurangira ari ibitsindo bibiri vya Nigeria, ku busa bw’Uburundi. Abakinyi batanguye mu kibuga ku ruhande rwa Nigeria 16.Oremade
2.Zaruma
12.Ogbu
6.Ozornwafor
3.Udu
17.Abubakar
2o.Aremu
15.Mahammad
8.Alhassan
11.Aliyu
9.Nazifi Abatanguye mu kibuga ku ruhande rw’Uburundi 2o.Rukundo
2.Ndiaye
15.Selemani
21.Ndoriyobija
11.Bigirimana
10.Muryango
6.Mbirizi
19.Kanakimana
8.Rukundo
4.Mohamed
7.Ulimwengu CAN Niger U20 : Uku niko inkino z’umusi wa mbere zagenze : – Niger 1-1 South afrika
– Nigeria 2-0 Burundi 1. Nigeria 3pts (+2)
2. Niger 1pt (0)
3. South afrika 1pt (0)
4. Burundi 0pt (-2) Mu murwi Uburundi burimwo, inkino z’umusi wa kabiri zitegekanijwe kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 5/2/2019 i Niamey : – South africa – Nigeria (16h30′)
– Burundi – Niger (19h30′)
Burundi – Congo Brazzaville : Abakinyi 23 b’Intamba batumweko mu myiteguro
Umumenyereza w’abakinyi b’Intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 23 yatumyeko abakinyi 21 bagiye kwitegurira urukino ruzohuza Uburundi na Congo Brazzaville mu gice kigira kabiri c’ihiganwa rya Africa ry’abatarenza imyaka 23. Mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi bavuga ko umwiherero w’abo batumweko uzotangura kw’igenekerezo rya 4 Ruhuhuma 2019. Urwo rukino ruzoba ku kwezi kwa gatatu (Ntwarante), ariko igenekerezo rikaba ritaramenyekana. Abakinyi batumweko ni :  1.Bankagakura Bosco(LLB)
2.Kanyamuneza Aime Christian (Messager Bujumbura)
3.Harerimana Emmanuel(Buja City)
4.Samuel Ndizeye(vital’o)
5.Moussa Ndikumana(Buja City)
6.Iddy Museremu (Messager Ngozi)
7.Olivier Bayizere(Messager Ngozi)
8.Tuyusenge Yasser(Rukinzo FC)
9.Kubuntu Ismaël (LLB)
10.Aimé Gakiza (Messager Buja)
11.Aoron Musore (Musongati)
12.Joseph Kashindi(Musongati)
13.Nyange Yussuf(Aigle noir)
14.Rugerinyange Joseph(vital’o)
15.Nshimirimana Ismaïl (Rukinzo)
16.Dusabe Olivier(vital’o)
17.Nahimana Guy(Buja City)
18.Ndayikeza Abdi(Kayanza United)
19.Issa Hubert(Athletico Olympic)
20.Ndikumana Chris(Musongati)
21.Moussa Muryango (Vital’o)
Intamba mu rugamba zagiye ziberewe : Amafoto

Abakinyi b’Intamba mu rugamba bazoserukira Uburundi muri Niger bahejeje kumenyekana
Joslin BIPFUBUSA, umumenyereza mukuru w’umurwi nserukiragihugu w’abadashikana imyaka 20 (Intamba mu rugamba U20) ahejeje gushira ahabona urutonde rw’abakinyi 21 bagiye guserukira Uburundi mu nkino z’igikombe ca afrika zigiye kubera mu gihugu ca Niger kuva kw’igenekerezo rya 2 gushika kuwa 17 Ruhuhuma 2019. Uburundi buri mw’itsinda (Groupe) rimwe n’ibihugu vya Niger yakiriye iryo higanwa, igihugu ca Nigéria hamwe na Afrika y’epfo. Abo bakinyi bazofata urugendo kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 29 Nzero 2019, igihe c’isaha icumi z’umuhingamo (16h). Abakinyi 21 bagiye guserukira Uburundi muri CAN_U20 ni : 1.RUKUNDO Onésime (Messager Ngozi) 2. KITENGE Ally Tonton (Buja City) 3. NDIZEYE Aimé Fales (Aigle noir) 4.SELEMANI Moustafa (Aigle noir) 5.NDORIYOBIJA Eric(Stand Utd) 6.NAHIMANA Steve (Kayanza UTD) 7.NDAYE Chancel (Rukinzo Fc) 8.BIGIRIMANA Ramadhan(Stand Utd) 9.MURYANGO Mabano Shabani (Aigle noir) 10. EZA Armel (Kayanza UTD) 11.NSHIMIRIMANA Jospin (Aigle noir) 12.MBIRIZI Eric (Stand UTD) 13. RAMADHAN Pascal (Musongati Fc) 14.KANAKIMANA Bienvenu (Aigle noir) 15.MAVUGO Cédric (Aigle noir) 16.ULIMWENGU Jules(Sunrise) 17. IRAKOZE Saidi (Musongati Fc) 18.RUKUNDO Therence (KAYANZA UTD) 19.MOHAMED Amissi (Nac Breda) 20.HAKIZIMANA Héritier(Aigle Noir) 21.BARANDONDERA Abdoul Karim (Flambeau du Centre ).
CAN U20 2019 : Umumenyereza w’Uburundi yizeye gushika ku ntsinzi
Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi, Intamba mu rugamba, w’abatarenza imyaka 20 (U20) uzofata urugendo kuri uwu wa kabiri werekeza mu gihugu ca Niger, aho witavye inkino za Afrika, CAN 2019 zizotangura kw’igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2019. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere, Joslin BIPFUBUSA amenyereza abakinyi b’Uburundi yamenyesheje ko umurwi amenyereza witeguye neza, kandi ko Uburundi bwizeye kuzotahukana intsinzi muri izo nkino za Afrika zizobera mu gisagara ca Niamey. Joslin BIPFUBUSA yemeza ko abakinyi bose azotwara bameze neza, kandi ko n’abatashoboye kuza kwifadikanya n’abandi mu myiteguro basubirijwe abandi. “Gushika kuri ino saha novuga ko mu murwi nserukiragihugu dushimira Imana kubona abakinyi bose bameze neza, abo twateguye gutwara bose bameze neza, kiretse aboba bagize ibibazo tukaba twarashoboye kubasubiriza n’abandi.”  Uwo amenyereza Intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 20 avuga ko ihangiro atwaye mu gihugu ca Niger ari uko Uburundi bwoshika kure muri izo nkino, bishobotse mbere butware n’igikombe c’iryo higanwa. N’aho Joslin BIPFUBUSA aremesha abakunzi b’umupira w’amaguru, ntiyashimye gushira ahabona urutonde rw’abakinyi b’Uburundi bazofata urugendo kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 29 Nzero 2019. Muri izo nkino zizotangura kuva kw’igenekerezo rya 2 gushika kurya 17 Ruhuhuma 2019, Uburundi buri mw’itsinda (Groupe) rimwe n’ibihugu vya Niger yakiriye iryo higanwa, igihugu ca Nigéria hamwe na Afrika y’epfo.
Abakinyi babiri b’Intamba mu rugamba baguzwe mu yindi mirwi
Inyuma y’aho asozereye amasezerano y’amezi atandatu yari afise akinira umwe mu mirwi yo mu gihugu ca Oman, Shassir NAHIMANA, umukinyi wo hagati mu kibuga w’Intamba mu Rugamba yateye umukono ku masezerano y’ugukinira umurwi AL MUJAZZAL CLUB wo mu cicaro ca kabiri, mu gihugu ca Arabia Saudite. Ayo masezerano ni ay’ugukinira uwo murwi mu kiringo c’umwaka umwe n’igice, nk’uko biboneka kuri ayo masezerano.  Mu gihugu ca Arabia Saoudite, Shassir NAHIMANA ahambije abandi bakinyi babiri nabo nyene b’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba, abo nabo akaba ari Yamin Selemani NDIKUMANA hamwe na Amissi Cedric. Mwomenya ko imbere y’ukuja gukinira mu gihugu ca Oman, mu nyuma akerekeza mu gihugu ca Arabia Saoudite, Shassir NAHIMANA yaje ava mu murwi wa Rayon Sports yo mu gihugu c’Urwanda. Uwo murwi nyene wa Rayon Sports niwo wavuyemwo umukinyi w’umusatirizi w’umurundi asanzwe akinira Intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 23, BIMENYIMANA Bonfils Caleb, yaguzwe n’umurwi wo mu gihugu ca Bosnie-Herzégovine. Mu butumwa yanditse ku muhora wiwe wa Twitter, umusatirizi BIMENYIMANA Bonfils Caleb yashimye umwanya wose yamaze mu murwi wa Rayon Sports, asaba abakunzi biwe ko bomusabira ku Mana, azororanirwe mu murwi mushasha wamuguze. Muri ubwo butumwa yagize ati : « Ndashima mu bihe vyose nabayemwo muri Rayon Sports, umubano n’urukundo banyeretse abayobozi n’abakinyi dukinana, n’abafana ba Rayon. Ivyo ndabibashimira. Nashaka kubamenyesha ko ngiye ahandi ariko ngaha ni mu rugo, ntibivuze ko nsezeye tutazongera kubonana. Aka kanya ntabwo turi kumwe, ariko munsabire aho ngiye, kuko ni ku rwego rwo hejuru, bizogende neza nk’uko vyagenze neza muri Rayon Sports. Nanje nzobasabira twese tugere kuvyo twipfuza. » BIMENYIMANA Bonfis Caleb agiye gukinira umurwi wa Široki Brijeg uri mu kibanza ca gatanu mw’ihiganwa ryo mu gihugu ca Bosnie Herzégovine kiri ku mugabane wa Buraya.
Igisata co gusiganwa hakoreshejwe imiduga ca Le Messager Catangujwe
Ishure ryo kwigisha inkino Le Messager, ryaratanguje ku munsi wa gatandatu, i Buye,igisata gishasha kijanye no gusiganwa hakoreshejwe imiduga (rallye).
Burundi #Basketball Umugwi wa Dynamo watahukanye igikombe ca #SuperCup!
Burundi #Basketball #ACBAB Umugwi wa Dynamo niwo utahukanye igikombe ca #SuperCup wirahiye Urunani 66-56. Umugwi w’Urunani wagerageje cane mu gace ka nyuma ariko Dynamo ukaba wari wamaze kuja imbere cane ntivyakunda ko Malick na bagenziwe bakurayo amanota yose barushwa.
Football Intamba mu rugamba birahiye Uganda Crans
Burundi #Football Urukino rwa kivandimwe rwariko ruhuza umugwi w’Intamba U20 na #Uganda Cranes U17 rurarangiye kuri Stade Prince Louis Rwagasore, Uburundi bukaba butahukanye intsinzi ya 2-0. Igitsindo cambere cinjijwe na Cedric Mavugo ku munota w’7, ica kabiri naco cinjizwa na Kanakimana Bienvenue kuwa 74. Aya namwe mu masanamu yaranze igice ca kabiri.
Ishirahamwe ry’amashengero mu Burundi CNEB rirakeza umukuru w’igihugu mushasha Ndayishimiye Evariste
Inyuma yaho sentare ijejwe kwubahiriza Ibwirizwa Shingiro yemeje ko Ndayishimiye Evariste ariwe yatowe nk’umukuru w’igihugu mushasha, ishirahamwe ry’amashengero mu Burundi, CNEB ryarasohoye itangazo ku mugoroba w’uyu wa kane igenekerezo rya 4 Ruheshi aho rikeza abatowe rikongera rigashimira uburundi n’abarundi bo bitoreye indongozi nshasha zigiye kuramutswa igihugu mu myaka indwi iri imbere Iryo shirahamwe rirakeje umukuru w’igihuhu mushasha Général Major Ndayishimiye Evariste ku mabanga ahambaye yo kurōngōra uburundi yatorewe. Iryo shirahamwe rimwipfuriza kuroranirwa mu myaka indwi yatorewe kuyobora abarundi. Bati: « Tubipfurije imigisha n’imihezagiro myinshi, tubasabiye inkomezi, umwete n’ubwira vyaranze abo Imana yatoreye ubukuru ku bana bayo. Imana ikuragije Uburundi, icibare cayo. Uraba koko Se barundi, ubegeranye bose maze babe umwe, bakundane, barekuriranire, bafatane mu nda bubake igihugu ». Ishirahamwe ry’amashengero mu Burundi CNEB risaba umukuru w’igihugu mushasha kuzobandanya ashira imbere Imana, kuyigamburukira no kubere akarorero keza abarundi. Mu gihe ibanga ryo kurongora igihugu ritoroshe, abarongoye iryo shirahamwe bamenyesha ko bazomushigikira mu masengesho no mw’irangurwa ry’imigambi myiza yemereye uburundi n’abarundi. Iryo shirahamwe rikeza kandi abo bose batowe amabanga atandukanye ngo bunganire umukuru w’igihugu.CNEB ribasaba kubandanya basenyere ku mugozi umwe, bateragire imbuto z’urukundo, ubumwe, ugusoneranira n’ukwubahana hamwe no kuramba muri ayo mabanga.
Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro yemeje Evariste Ndayishimiye nk’umukuru w’igihugu
Ku mugoroba wo kuri uyu wa kane igenekerezo rya 04 ruheshi umwaka w’2020, sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro yatangaje ibiharuro ntabanduka vy’ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu n’ayabashingamateka yabaye  kw’igenekerezo rya 20 rusama umwaka w’2020. Ndayishimiye akaba yemejwe kuba umukuru w’igihugu c’uburundi aho agiye kukirongora mu kiringo c’imyaka indwi Iyo sentare ikaba yemeje ko Evariste Ndayishimiye, umukukandida wa CNDD-FDD ariwe yatsinze mu kibanza c’umukuru w’igihugu ku bice 68,70 kw’ijana. Ni mugihe uwari yashizwe imbere n’umugambwe CNL aza mu kibanza ca kabiri ku majwi 28,98 kw’ijana. Uwashizwe imbere n’umugambwe w’abasigana Uprona nawe akaza ubwa gatatu kw’ijwi 1,63 kw’ijana. Mu bijanye  n’amatora y’abashingamateka naho nyene umugambwe Cndd fdd uza imbere ukaba uzoba ufise intebe 86, Cnl ukaza ubwa kabari  ukazoba ufise intebe 32 ni mugihe umugambwe UPRONA uza ubwa gatatu ukazoba ufis intebe 2 munamanshingamateka ubwoko bw’abatwa nabwo bukaba bwaronse abashingamateka 3 bahabwa n’ibwirizwanshingira. Naho biri uko, iyo sentare yamenyesheje ko ibirego vyatanzwe n’umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa atavuga rumwe na leta ari nawe yari yawuserukiye mu matora y’umukuru w’igihugu  ko bidafise ishingiro. Mwomenyako mu bari bitoje mu kibanza c’umukuru w’igihugu ata numwe yabonetse  ahariko hashikiririwa ivyo biharuro. Inyuma yaho Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro ishiriye ahabona ibiharura ntabanduka vy’ivyavuye mu matora, Agathon Rwasa yari yaserukiye umugambwe CNL mu kibanza c’umukuru w’igihugu amenyesha ko atazokungururiza muri sentare y’akarere naho ivyashikirijwe atavyakiriye neza . Amenyesha ko sentare yakarere atari iy’iyungururizo. Yongerako ko mu Burundi ico sentare ijejwe kwubahiriza Ibwirizwa Shinguro ishinze kitunguruzwa.  Yabishikirije kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 05 ruheshi  mu makuru y’isaha zitandatu n’inusu ku nsamirizi y’igihugu, RTNB
Umurwi CENI urashimira abafashije bose mu matora yo kuwa 20 Rusama 2020
Mu gihe  kw’igenekerezo rya 25 rusama hatangajwe ibiharuro mfatakibanza vy’ivyavuye mu matora, umurwi CENI watunganije  kuri uyu wa kane igenekerezo rya 28 Rusama 2020 ikiganiro  ku banditsi n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo gushimira abafashije bose muri ayo matora. Kazihise Petero Karaveri arongoye CENI  ashimira abarundi bo bamaze gutegera ko amatora ari ayabo Amenyesha ko ariyo mpamvu basidukanye n’iyonka mukuyitaba kandi bagatora batekanye. Akabakeza agira ati: « Mwariteye iteka kandi mwarateye iteka igihugu cacu ». Uwo murwi ushimira kandi Reta n’inzego z’igihugu zose zitanze zitiziganya mugushigikira integuro yayo matora. Ashimira kandi abegeranije uburyo bwose bukenewe kugira ngo ico gikorwa kirangurwe. Ashikiriza kandi ko ubu bitakiri agaseseshwarumuri ko uburundi butakizera inze mu gutunganya amatora. Asaba ko iyo ntambwe ikomeye yoshigikirwa. Umukuru wa CENI avuga kandi ko abajejwe intwaro n’abo basanzwe bakorana ko batatanzwe kuremesha abanyagihugu mu kubararika ngo bitabe amatora kandi bongera barafata mu mugongo umurwi CENI. Agashikiriza ko intererano yabo yabaye kirumara kugira ngo amatora agende neza. Ashimira kandi imigambwe hamwe n’abitoza bamwe bakorana na CENI kuva mu ntango y’integuro y’amatora. Akaba abakeza kuko ngo bahiganye badahezanyayo. Akabatera intege ko bobandanya iyo nzira. Abandi ashimira ni amashirahamwe n’amashengero 39 bakurikiranye amatora kuva mu ntango kandi bakwiragiye igihugu cose mu gukwirikira abanyagihugu uko bariko baratora. Ubu naho bakaba bariko barashikiriza uko amatora yagenze. Agira ati: « Twagomba ko baba ivyabona vyingene amatora agenda kandi barabikoze ». Amenyesha ko nka bose bemeza ko amatora yagenze neza mu gihugu cose kandi ngo baravyiboneye. Mugabo rero umukuru wa CENI ashikiriza ko bumvise ishirahamwe rimwe ritabonye ibintu nk’abo bandi. Umurwi CENI ukarihanura gusubira ku barorerezi baryo risuzume rirabe ko bashoboye koko gukora bwaburorerezi canke bagize izindi ngorane. Abandi uwo murwi ushimira ni abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi kuko nabo nyene bakurikiranye amatora kandi bakemeza ko yagenze neza. Agira ati: «Turabashimira kuri ico gikorwa ciza cerekana umubano mwiza w’ivyo bihugu n’uburundi kandi turashima uwo mutima watumye babonako bikenewe bagafasha muri urwo rubanza ruhambaye ». Umurwi CENI urangiza ushimira abamenyeshamakuru n’abakozi bose b’umurwi CENI.
Amatora 2020: Umugambwe CNL wituye Sentare ijejwe kwubahiriza Ibwirizwa Shingiro kugira utunganirizwe
Mu gihe haheze imisi 4 umugwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI utangaje ibitigiri mfatakibanza vyavuye mu matora yo kuwa 20 Rusama, umugambwe CNL urahakana ibiharuro vyatangajwe kuko amatora yaranzwe n’amahinyu arenze urugero. Ni muri iyo mvo Rwasa  Agathon arongoye uwo mugambwe, akaba ari nawe yitoje mu kibanza c’umukuru w’igihugu yatanze ibirego vyiwe muri Sentare ijejwe kwubahiriza Ibwirizwa Shingiro mu Burundi ku muhingamo w’uyu wa kane igenekerezo rya 28 Rusama kugira atunganirizwe Ibitigiri mfatakibanza umurwi CENI wasize ahabona kuri uyu wa mbere vyerekanye ko umugambwe CNL uza mu kibanza ca kabiri mu matora y’umukuru w’igihugu, abashingamateka n’abajenama ba komine mu gihugu cose. Rwasa Agathon yashikirije ko ivyo biharuro  ataho bihuriye n’ivyo abanyagihugu bavuze biciye mu matora. Hisunzwe itunganywa ry’amatora mu ntara zose z’Uburundi, umugambwe CNL ushikiriza ko ayo matora yaranzwe n’amahinyu arenze urugero kandi ko hatubahirijwe amategeko n’amateka mpuzamakungu agenga amatora abaye mu muco, yigenga ndetse ko abitoza n’abatora batafashwe kumwe. Umugambwe CNL ushikiriza ko amatora yo kuwa 20 Rusama yaranzwe n’uguhengama kw’umurwi CENI n’amashami yawo; abakoreye mu biro vy’itora nka bose bavuye mu mugambwe uri ku butegetsi; ikiringo c’imyiyamamazo caranzwe n’ihohoterwa n’ukutihanganirana birenze urugero aho habaye ubwicanyi; kunyuruzwa; ihohoterwa n’ugupfungwa vyakorewe abanywanyi n’abakunzi b’uwo mugambwe; kwirukana hadakurikijwe amategako abahagarariye umugambwe CNL mu biro vy’amatora; amatora atagira abarorerezi mvamakungu; kwuzuriza amajwi mu masandugu y’itora; abatoye bisubiriza; abatoye badakwije imyaka; abatoreye abapfunzwe, abahunze n’abitavye Imana; guherekeza ku nguvu abatora gushika mu bwiherero bw’itora bagategekwa gutora CNDD-FDD; kwanka ko abahagarariye umugambwe CNL binjira gukurikirana igikorwa co guharura amajwi; guharura amajwi hatagenwe abo amategeko abirekurira canke hagaharura abo mu mugambwe CNDD-FDD gusa . Yihweje ayo makosa yose, Rwasa Agathon arahakana ibiharuro vyatangajwe n’umurwi CENI. Mu gihe uwo mugambwe utotunganirizwa, Rwasa Agatoni arongoye uwo mugambwe yashikirije ko azoca yitura Sentare yo mu karere ka Afurika y’ubuseruko iri i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya. Umugambwe CNL usaba umurwi CENI, Sentare ijejwe kwubahiriza Ibwirizwa Shingiro na Reta y’uburundi kwubaha no kwubahiriza ishaka ry’umunyagihugu. Uwo mugambwe usaba kandi abarundi bose kuguma bafatanye mu nda mu kubumbatira ubumwe n’amahoro muri iki gihe c’amatora.
Umurwi w’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi urashima uko amatora yagenze
Mw’itangazo basize ahabona kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 27 Rusama, abaserukira mu Burundi ibihugu vya Afurika y’epfo, Ubudagi, Ububirigi, Kanada, Ubushinwa, Egiputa, Ubufaransa, Ubuyapani, Kenya, Nijeriya, Uganda, Ubuhorande, Royaume Uni, Ubusuwisi, Tanzaniya, Turukiya, Ubumwe bwa Burayi, Leta zunze ubumwe za Amerika, Kongo, umunyamabanga shingwabikorwa w’inama mpuzamakungu mu karere k’ibiyaga binini hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU barashima ibitigiri mfatakibanza vyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu, abashingamateka n’abajenama ba komine vyashikirijwe n’umurwi CENI kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 25 Rusama 2020 Ubuserukizi bw’ivyo bihugu bumenyesha ko amatora yo kuwa 20 Rusama yitabwe ku rugero runini. Ubwo buserukizi busaba aberwa n’amatora kubungabunga amahoro n’imigenderanire myiza bisunze akamo batewe n’Ubumwe bwa Afurika hamwe n’umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU aho babasaba kwirinda guhohotera abandi hamwe no gukomeza umwumvikano mu gutorera inyishu ibibazo vyose bijanye n’amatora. Umurwi w’igihugu bifise ubuserukizi mu Burundi uhamagarira aberwa n’amatora mu Burundi kwigenga ubuntu no gutorera inyishu indyane zose zokwaduka mu matora mu kwitura inzego z’ubutungane zibijejwe. Ubwo buserukizi bumenyesha ko buzofata mu mugongo abarundi mu kubumbatira amahoro, demokarasi n’ubutungane hisunzwe imigambi y’iterambere rirama.
Umugambwe CNDD-FDD watahukanye intsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu n’abashingamateka
Mu gihe haheze imisi 5 amatora y’umukuru w’igihugu, abashingamateka n’abajenama b’amakomine arangiye, umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI watangaje icese kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 25 Rusama ibitigiri vy’imfatakibanza vyavuye muri ayo matora. Umugambwe CNDD-FDD watahukanye ikibanza ca mbere mu matora yose, ukurikirwa n’umugambwe CNL. Mu kibanza ca gatatu haza umugambwe UPRONA Mw’ijambo yashikirije, Kazihise Petero Karaveri arongoye umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI yamenyesheje ko amatora yo kuwa 20 Rusama yaranguwe mu mutekano nta ngere mu gihugu cose. Kazihise yibukije abahiganwe ko haburana babiri hagatsinda umwe kandi ko uwudatsinze uno musi azotsinda hanyuma. Kazihise yamenyesheje ko mu gihugu cose hari hitezwe gutora abantu imiriyoni 5 113 418 hatora abantu imiriyoni 4 484 928. Ni ukuvuga ko yitabwe ku bice 87 n’ibice 71 kw’ijana. Amajwi y’impfagusa yabaye ibihumbi 83 690 hamwe n’abantu ibihumbi 87 534 batashimye kugira ico babivuzeko mw’itora ry’umukuru w’igihugu. Uko imigambwe yarushanijwe Kazihise yamenyesheje ko muri iryo tora umugambwe CNDD-FDD watahukanye ikibanza ca mbere ku majwi imiriyoni 3 082 210 ni ukuvuga ibice 68 n’ibice 72. Umugambwe CNL uza ubwa 2 ku majwi umuriyoni 1 084 788 ni ukuvuga ibice 24 n’ibice 19 kw’ijana. Umugambwe UPRONA uza mu kibanza ca gatatu ku majwi ibihumbi 73 353 ni ukuvuga igice 1 n’ibice 64 kw’ijana. Urunani Kira Burundi ruza mu kibanza ca kane ku majwi ibihumbi 24 470 ni ukuvuga 0 n’ibice 55 kw’ijana. Umugambwe Sahwanya Frodebu uza ubwa gatanu ku majwi ibihumbi 21 232 ni ukuvuga 0 n’ibice 47 kw’ijana. Mu kibanza ca gatandatu haza umukandida yigenga Nahimana Diyodoni yatowe ku majwi ibihumbi 18 709 ni ukuvuga 0 n’ibice 42 kw’ijana n’ayo mu kibanza ca nyuma haza umukandida y’igenga Rohero Faransisi yatowe ku majwi ibihumbi 8 942 ni ukuvuga 0 n’ibice 20 kw’ijana. Mw’itora ry’abashingamateka, Kazihise yamenyesheje ko imigambwe 3 ariyo yaronse intebe mu Nama Nshingamateka ni ukuvuga CNDD FDD, CNL na Uprona. Mu ntebe 100, Umugambwe CNDD FDD uza mu kibanza ca mbere ukagira intebe 72, CNL uza ubwa 2 ku ntebe 27 na Uprona ubwa gatanu ku ntebe 1 yagiyemwo icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Sindimwo  Gasito mu gisagara ca Bujumbura. Kazihise yamenyesheje ko abashingamateka bose hamwe bazoba 124. Kubera intebe zibuze, yasavye imigambwe 3 yaronse intebe mu Nama Nshingamateka ko ejo kuwa kabiri igihe c’isaha zibiri z’agatondo bazoja hamwe mu kigo ca CENI kugira bagabangane intebe zisigaye hisunzwe ubwoko n’igitsina hongere hongerweko abashingamateka bo mu bwoko bw’abatwa. Ibitigiri vy’abashingamateka ku ntara Mwomenya ko ishirwa ahabona ry’ibitigiri mfatakibanza vy’itora ry’abajenama b’amakomine ryabereye mu mirwi ijejwe gutunganya amatora mu ntara CEPI.
Umuvugizi wa CENI arasigura igituma ibitigiri mfatakibanza vy’amatora bitaraboneka mu gisagara ca Bujumbura
Mu gihe amatora yo ku wa gatatu igenekerezo rya 20 Rusama yarangiye hagati y’isaha cumi na cumi n’imwe mu gihugu cose, gushika kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 22 Rusama amakomine atari make mu gihugu hagati aramaze gushikiriza ibitigiri vy’imfatakibanza vyavuye muri ayo matora. Mu gisagara ca Bujumbura ho akaba ata komine n’imwe irashikiriza ivyo bitigiri Ku bijanye n’uko mu makomine amwamwe bashikiriza batevye ibitigiri mfatakibanza vyavuye mu matora yo kuwa 20 Rusama, Nzobonariba Firipo, umuvugizi w’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI amenyesha ko impamvu zibituma zitandukanye bivanye n’ubudasa buri hagati y’imitumba, amakomine hamwe n’igitigiri c’ibiro vy’itora. We asigura ko hari ibibanza vyoroshe gushikamwo n’imodoka n’ibindi bitoroshe kubera imisozi. Mu gihe hari abadatahura ukuntu mu gisagara ca Bujumbura ata misozi ihari ariko gushika ubu ata komine n’imwe iratanga ibitigiri mfatakibanza, Nzobonariba asigura ko ahanini vyavuye ku buke bw’abakozi bagize umurwi ujejwe gutunganya amatora mu makomine CECI kuko igisagara ca Bujumbura cahora kigizwe n’amakonine 11 ariko zagabanijwe hasigara ikomine 3. Nzobonariba afatiye kuri komine Ntahangwa, asigura ko amazone ayigize ari manini kandi ko yahoze ari amakomine, gutyo igikorwa cahora gikorwa n’abantu bashika 30 kiriko gikorwa n’abantu 5. Nzobonariba amenyesha ko ama CECI yagabanutse mu gisagara ca Bujumbura ariko ko ibiro vy’itora bitagabanutse bituma abakozi ba CECI bagira akazi kabarengeye. Mu gihe hari abakozi bo mu biro vy’itora bashobora kuruha bakaja kuruhuka bataraheza igikorwa co guharura amajwi, umuvugizi wa CENI amenyesha ko ico kintu amaze kucumva mu gisagara ca Bujumbura. We asigura ko ari ukubatahura kuko kuva ku munsi wa 2 bariko baregeranya ibikoresho. Ati: « Iyo umuntu avuze ko arushe kandi ko hako avyica agiye kuruhuka kugira bukeye atangurane imwete n’inkomezi ni ukumutahura ». Nzobonariba asigura ko ata makenga arimwo kuko amasandugu batayajanye muhira ngo babiharurireyo ahubwo bayugaraniye ngaho kandi ko hari abajejwe umutekano baraye babicungereye. Umuvugizi wa CENI yibutsa ko uwurongoye umurwi ujejwe gutunganya amatora muri komine ariwe wenyene arekuriwe gutangaza ibitigiri vy’imfatakibanza vyavuye mu matora inyuma yo kwegeranya ibitigiri vyo mu buzu bw’itora bugize iyo komine yose. Nzobonariba avuga ko abwirizwa kubishikiriza agiheza kubiteranya kandi ko atarindira ayandi makomine ngo nuko ataraheza gutororokanya ivyo bitigiri.
Ikiribwa c’igiharage cabaye umuzi w’ibuye mu gisagara ca Bujumbura
Mu gihe mu bice bitandukanye vy’igihugu igiterwa c’igiharage kiriko kirera ibiciro vy’icogiterwa vyo ntibiramanuka. Ku masoko canke amazu asanzwe adandaza canke aranguza ibiharage ugereranije n’amezi abiri aheze. Abadandaza canke abaguzi bakizera kobigiye kuboneka aho abarimyi batangurira gushora. Bamwe mu baguzi n’abadandaza bavuganye kuri uyu wa Kane  igenerekerezo rya 14 Rusama 2020 n’abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Ejoheza News  bashikiriza igituma ibiciro vy’icogifungurwa mbumbarugo caduze. Yamara baremeza ko ubwo benshi bazoba bejeje icogiterwa c’ibiharage maze batangure gushora ivyo bimbuye niho igiciro c’ibiharage kizocakimanuka. Abo badandaza bakagira amekenga ko  mu gihe umwimbu w’impeshi womera nk’umwimbu w’agatasi ngo ntankeka icogifungurwa kizobandanya kuzimba narirya arikimwe mu bifungurwa bifungurwa cane kandi n’abenshi mu gihugu. Bongera bakamenyesha koi cogiterwa cahoragisahirizwa n’ibindi biharage bivuye mu bihugu vya kano karere nacanecane muri Tanzaniya. Bavuga ko ikiza Koronavirusi kimaze kwigaragaza mu karere, uruja n’uruza rukaba rwarahagaze bituma ivyakurwa hanze y’igihugu bitakiza uko vyahora. Bikorimana Edwari, umudandaza w’ibiharage akorera kw’ibarabara ryambere rya zone Bwiza avuga ko ibiharage ubu bigoye kuboneka. Bibonetse naho ngo bibabizimvye. Kuri bike twasanze afise ngo yabiranguye mu ntumbero yuko atoheba kubidandaza naho bizimye. Bikorimana akamenyesha ko kuba atarangura ibiharage vyinshi ngo biterwa n’uko yohava arangura vyinshi kandi bizimvye hanyuma biramutse bibonetse bikagurishwa kugiciro kirimunsi y’ico yaranguyeko gutyo agasanga arahomvye. Ku nzu idandarizwamwo ibifungurwa bitandukanye yitirirwa Rahayi Royi iri hafi y’isoko rya Jabe, umupfasoni twahasanze we yamenyesheje ko nk’ibiharage vyitwa” jaune” ngo vyahora kumafaranga arenga ibihumbi bitatu vy’amarundi ariko ubu bikaba bigurishwa ibihumbi bibiri n’amajana ane. Hatungimana Vigitori asanzwe akora umwuga wokudandaza kw’ibarabara rya gatanu mu Bwiza nawenyene amenyesha ko ibiharage bizimvye ngo haciye amezi abiri. Ariko rero ngo ariteze ko bigiye kuboneka vuba naho abarimyi bataratangura gushora ivyo bimbuye. Gutyo rero batanguye gushora ngo igiciro kizoca kimanuka. No mu Nyakabiga yambere ahotwagendeye nahonyene twasanzwe ibiciro vy’ibiharage bikiri hejuru. Ibindi vyaduze ni amavuta y’amamesa yavuye ku 45.000 kw’ibido y’amaritiro 20 ija ku bihumbi 57.000 vy’amafaranga y’amarundi. Ifu y’imyimbati yavuye ku 1000 Ku kiro ija 1300 hamwe n’ibido y’amaritiro 20 y’amakoto yavuye kubihumbi 67.000 vy’amafaranga y’amarundi ijaku 80.000 Mwomenya ko ibindi bifungurwa nk’umuceri n’ibigori vyagabanutse igiciro ugereranije n’ayo vyagurwa imbere y’amezi abiri aheze.
Mu Burundi hagiye gutanguzwa isoko y’imitahe
Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 20 Ndamukizi, ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe API gifadikanije n’ibanki nkuru y’igihugu BRB baratunganije uruganda ku banyamitahe, abakozi bo mu  mabanki n’amashirahamwe yo kubitsa no kuguranana hamwe n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo kubasigurira ibijanye n’igisata c’isoko y’imitahe, uko gikora n’akunguko kizozanira abanyamitahe n’igihugu Mw’ijambo yashikirije, Wagara Marikiyoro, icegera ca mbere c’uwutwara ibanki nkuru y’igihugu yamenyesheje ko batunganije urwo ruganda kugira basigurire neza abanyamitahe, abakozi bo mu mabanki n’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana hamwe n’abamenyeshamakuru ibijanye n’isoko y’imitahe, uko ico gisata gikora n’akunguko kizozanira abanyamitahe n’igihugu muri rusangi. Wagara yamenyesheje ko isoko y’imitahe itaje gusubirira uburyo bwo kuguranana amafaranga bwari busanzwe bukoreshwa mu mabanki n’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana. We asigura ko isoko y’imitahe n’ubwo buryo bukoreshwa mu mabanki vyunganirana, ko kimwe kitirukana ikindi. Musharitse Dezire arongoye ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe API yamenyesheje ko isoko y’imitahe yimirije gutangura mu Burundi ari igisata kizotanga ingurane irihwa mu kiringo gitoya, kigereranye canke kirekire maze bikagenzurwa n’ibanki nkuru y’igihugu. Musharitse yashimangiye avuga ko imitahe ari umushibuka w’iterambere kuko ata mitahe gukora imigambi bidashoboka. Umuyobozi w’ikigo API asigura ko isoko y’imitahe izotuma abanyamitahe b’abarundi batera imbere gose kuko akunguko kazoba kenshi. Ni muri iyo mvo Musharitse abahamagarira guhurumbira no kumenya ibijanye n’ico gisata bongere bacinjiramwo. Mu cirwa yatanze, Ntirandekura Yesaya arongoye igisata gitanga uburusho ku banyamitahe muri API yarerekanye ibisata cumi abanyamitahe boshiramwo imitahe yabo kandi ikunguka. Twovuga nk’igisata c’ibidukikije mu gutunganya neza ikiyaga Tanganyika n’inkengera zaco hamwe n’imisozi n’ibiyaya, gutunganya igisata c’ubudandaji, igisata c’ingenzi mu bijanye n’ingoma n’ibikoresho ndangakaranga, igisata c’ubutare n’agataka, igisata co kwiyunguruza n’ibindi. Mpawenimana Petero Damiyano arongoye igisata kijejwe isoko y’imitahe mw’ibanki nkuru y’igihugu yasiguyeko isoko yimitahe ihuza abatanga imitahe n’abayikeneye kugira bunganirane. Mpawenimana yamenyesheje kandi ko ico gisata gifasha abantu bafise imigambi kwiteza imbere no gutegekanya kazoza kabo, n’ayo inganda ntonto zigahinduka nini. Mpawenimana yasiguye ko isoko y’imitahe ishobora kuzogira uruhara runini mw’ishirwa mu minwe y’abikorera utwabo amahinguriro ya Leta, kwongereza imitahe y’amabanki hamwe no kugwiza aho umuntu ashobora gusaba ingurane. We asigura ko ico gisata kizotanga ingurane nini izorihwa mu mwanya muremure. Kagaba Siriviya, umuyobozi mukuru ajejwe ivy’ubutunzi mw’ibanki Bancobu yamenyesheje ko isoko y’imitahe iri mu mice ibiri, ko hari isoko yo ku rugero rutoyi « marché primaire » no ku rugero runini «  marché secondaire ». Kagaba yamenyesheje kandi ko isoko y’imitahe yakoze kuva kera mu Burundi ariko ko benshi babikoze batabizi. Kagaba ahamagarira abamenyeshamakuru kumenyekanisha gose ico gisata kugira abantu bazogihurumbire ntibazosirwe n’iterambere. Mwomenya ko itegeko rigenga isoko y’imitahe ryateweko umukuno kw’igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2019. Iryo tegeko rikaba ryarasizeho n’ubuhinga bwo kugenzura itangwa ry’imitahe mu ntumbero yo gukingira abanyamitahe no kugabanya ingorane zokwiyadukiza.
Amashirahamwe arenga 1000 yarashinzwe mu gice ca gatatu c’umwaka wa 2019 ushira uwa 2020
Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 10 Ndamukiza, ikigo kijejwe guhimiriza no kworohereza abanyamitahe API caratunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru mu ntumbero yo gushira ahabona ivyaranguwe mu gice ca gatatu c’umwaka wa 2019-2020 aho hashinzwe amashirahamwe 1 180 n’ayo amashirahamwe 8 yararonkejwe impapuro zo kuronswa uburusho Musharitsi Désiré arongiye ikigo API amenyesha ko mu gice ca gatatu c’umwaka wa 2019 ikigo arongoye cakoreye ahanini kw’ishingwa ry’amashirahamwe;  itangwa ry’uburusho butangwa n’itegeko rigenga imitahe; igenzurwa ry’amashirahamwe mu ntumbero yo gutanga impapuro mfatakibanza zitanga uburenganzira bwo kuronswa uburusho; ingendo z’umuyobozi w’igiko API mu mashirahamwe atandukanye; ibikorwa bijanye no kumenyesha, kworohereza no gufata mu mugongo abashingamitahe n’abashorera hanze y’igihugu; ibikorwa bijanye no gufasha no guhimiriza urwaruka ruheza amashure ngo rwige gutegura imigambi ntirugume ruzeye inze mu gusaba ubuzi.  Musharitsi ashikiriza ko amashiramwe abandanya gushingwa n’aho muri kino gice hashinzwe amashirahamwe make ugereranije no mu gice ca gatatu ca 2019 bituma n’ubuzi ategekanya gutanga bugabanuka ku rugero rungana n’ibice 21. Ati: « Muri kino gice ca gatatu c’uyu mwaka hashinzwe amashirahamwe 1 180, hategekanywa gutangwa kuri ayo mashirahamwe ubuzi 5 005. Ugereranije n’igice ca gatatu ca 2019, urabona ko habaye ukugabanuka kw’amashirahamwe yashinzwe kuko hari hashinzwe 1 501, ubuzi nabwo bwari butegekanijwe gutangwa bwari 19 127 ». Musharitsi asigurako iryo gabanuka ry’amashirahamwe ryavuye ku kugabanuka kw’amakoperative yariko ashingwa ku bwinshi, inyuma y’akamo kari katewe n’umukuru w’igihugu aho yahimiriza abarundi gukorera hamwe. Asigurako iyindi mvo ari uko ubwo bwoko bw’ashirahamwe asigaye yuguruzwa mu kigo ANACOOP kijejwe guteza imbere amakoperative no kuyaha intumbero. Musharitsi amenyesha ko mu ntumbero yo gushira mu ngiro itegeko rigenga imitahe, ikigo API kibicishije mu gisata gifasha kikongera kigakurikirana amashirahamwe catanze impapuro umunani zitanga uburenganzira bwo kuronka uburusho. Asigura ko amashirahamwe yaronkejwe ubwo burusho ategekanya kuzokoresha umutahe w’imiriyaridi 63 293 753 585 mu mafaranga y’amarundi yongere atange ubuzi ku bantu 579.  Musharitsi ashikiriza kandi ko muri kino gice ca gatatu, ikigo API catanze impapuro mfatakibanza 29 ku mashirahamwe amaze gukoresha umutahe w’imiriyaridi 168 248  156 001 mu mafaranga y’amarundi, mu gihe ayo mashirahamwe yari yategekanije kuzokoresha umutahe 170 273 685 502 mu mafaranga y’amarundi. Asigura ko ayo mashirahamwe amaze gutanga ubuzi ku bantu 1312 ku bantu 1 884 bari bategekanijwe. Mu ntumbero yu gufata mu mugongo amashirahamwe no kumenya ingorane ziyahanze, umuyobozi w’ikigo API ari kumwe n’umugwi w’abakozi b’ici kigo, baragendeye amashirahamwe ari muyaronkejwe uturusho nka AFRITEXTILE, MUSUMBA STEEL, NGAGARA GRAI MILLING, BUC TANGANYIKA MINING et BURUNDI BREWERY, BELAN GROUP, KIRIRI GARDEN HOTEL, LIFE WAY COMPANY, SPTPA, AFRICAN MINING BURUNDI, GITEGA INTERNATIONAL HOTEL, TAWAKKAL COMPANY. Musharitsi amenyesha ko mu mashirahamwe bagendeye basanze ageze ku ntambwe ishimishije n’aho intambamyi zitabuze. Mwomenya ko kuva hashizweho itegeko nshikiranganji nomero 750/540/811 ryo ku wa 26/04/2019 rigenga urupapuro ndangamudandaza, ikigo API gisigaye gitanga urupapuro ndangamudandaza haba ku mashirahamwe canke kuri uwo wese arukeneye.
Ni ibihe bimaze kurangurwa mu muryango wa afrika y’ubuseruko?
Ibihugu vyo mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko biramaze
kurangurira hamwe ibitari bike. Aha twovuga nko Gutoza amakori n’amatagisi mu
ndinganizo imwe no k’urugero rumwe, Isoko Rusangi, Ugukoresha ifaranga rimwe.
N’aho hari ibimaze kurangurwa bitari bike, haracariho utugorane. Muri iki gice
ca mbere tubabwira ibijanye n’amategeko agenga gutoza amakori n’amatagisi mu
ndinganizo imwe no k’urugero rumwe mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko Bacanamwo Yohani Petero wo mu bushikiranganji bujejwe iyinjira
ry’Uburundi muri Afrika y’Ubuseruko avuga ko mu mwaka wa 2004 habaye gutera igikumu
ku mategeko agenga gutoza amakori n’amatagisi, hakaba haciye higwa ingene iryo
tegeko ryoshirwa mu ndinganizo imwe no k’urugero rumwe mu muryango w’ibihugu
vya Afrika y’Ubuseruko. Asigura ko muri Nzero 2005 habaye ishirwa mu ngiro ry’iryo tegeko mu bihugu 3
vyatanguye ishirahamwe.  Inyuma y’imyaka
ibiri Uburundi n’ Urwanda vyinjiye mu muryango kuva 2009, ivyo bihugu vyaciye  bishira
mu ngiro iryotegeko. Bacanamwo amenyesha kandi ko amategeko agenga gutoza amakori n’amatagisi
mu ndinganizo imwe no k’urugero rumwe mu muryango w’ibihugu vya Afrika
y’Ubuseruko ategekanya inkingi zine nyamukuru:
Gukuraho amakori yo kwinjira mu bihugu bigize Afrika y’Ubuseruko (Suppression des Taxes  sur les importations au sein de l’EAC);
Gukuraho inzitizi k’urudandazwa, zidashingiye ku matagisi, hagati y’ibihugu vya
Afrika y’Ubuseruko (Elimination des
Barrières Non Tarifaires); Ishirwaho ry’amakori amwe, agenga ibidandazwa
vyose bivuye inyuma y’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko (Tarif Extérieur Commun), Inkingi yanyuma (Territoire Douanier
Unique) hamwe n’ishirwaho
ry’akarere kamwe, ko gutorezamwo amakori agenga ibidandazwa vyose bivuye inyuma
y’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko      Amakori amwe
kubidandazwa bivuye inyuma y’ibihugu vya Afrika           y’Ubuseruko  Bacanamwo avuga ko naho ivyo bihugu
vyateye intambwe, haracariho intambamyi. Zimwe muri zo zifatiye k’ubuhinga
ngurukana bumenyi bushobora kuba butameze neza ; ubumenyi budakwiriye
kuvyerekeye gutoreza hamwe amakori n’amatagisi, bituma abajejwe kubishira mu
ngiro baca babikora ukutariko (abadandaza, abakozi bo mubisata bitandukanye
kumipaka…). Yongerako ko hari intambamyi y’ibikoresho bidakwiriye kumipaka,
aho naho vyahora bigapfa, hakabura uwubikoresha mu bisata bitandukanye bikorera
kumipaka,(akarorero ku minzani n’ibindi ) hamwe n’ibiturire.  Icokorwa n’igihugu c’Uburundi Bacanamwo amenyesha ko Uburundi bukwiye
kubandanya buteza imbere ibisata vyo guhanahana amakuru hakoreshejwe ubuhinga ngurukana
bumenyi. Abarundi muri rusangi, na cane cane abikorera utwabo bakeneye kuguma
bahimirizwa kubijanye n’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko.
Ati : « Mukurindira
integuro y’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko, Uburundi burakwiye gushinga itegeko
rigenga ibigo rusangi kumipaka, abahakorera bakamenya uwubazwa ico kigo,
n’ukungene inzego zitandukanye zihakorera zikurikirana kwakira abahashitse ». Bacanamwo arangiza avuga ko
ababijejwe bakwiye gukurikiranira hafi ishirwa mu ngiro ry’umugambi w’igihugu
wo kugwanya igiturire.
Ingaruka mbi mu vyubutunzi zatanguye kwibonekeza mu gisagara ca Bujumbura kubera ikiza ca Corona Virus
Inyuma y’ingingo z’imwezimwe zafashwe
na Leta y’uburundi mu ntumbero yo kwikingira ikiza ca Corona, ikinyamakuru
EjoHeza News carangendeye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 23 Ntwarante 2020 amazu
amwamwe adandarizwamwo amasabuni y’amazi akoreshwa  mu gukaraba « désinfectants » hamwe
n’amazu adandarizwamwo amaterefone mu gisagara ca Bujumbura. Icibonekeza ni uko
ivyo bikoresho vy’isuku vyatanguye gukena mu mamangazini amwamwe akomakomeye mu
gisagara ca Bujumbura nka T2000, Alchem hamwe na Home Wolrd Alimentation. Si
ivyo gusa, ibiciro vy’amaterefone biduzwa ku mwanya ku mwanya Nk’uko
bigaragara mu mamangazini atari make yo mu gisagara ca Bujumbura  haribonekeza ikena ry’isabuni y’amazi ikoreshwa
mu gukaraba. Mu mangazini Home Wolrd Alimantation batazira ku Bashinwa twasanze
hari ubwoko 3 bw’iyo sabuni ku rugero rudahagije mu gihe abazikeneye baguma
binjira ku mwanya ku mwanya batwara amacupa atari make. Vyagaragara ko mu
masaha make baza kuba bamaze uducupa dukeyi twariho. Umukenyezi umwe twasanze
muri iyo mangazini ati: « Jewe ku
kazi bantumye uducupa 40 ariko ndabona mpava ntaturonka kuko abadukeneye ni
benshi natwo ari duke ». Ivyo
vyifashe uko mu gihe mu mangazini T2000 ata gacupa na kamwe k’iyo sabuni
kaharangwa kuva kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 22 Ntwarante 2020, nayo mu
mangazini Alchem hoho bamenyesha ko haheze ikiringo c’ababa indwi izo sabuni
ziheze. Umwe
twaganiriye ikiganiro  mu mangazini
Alchem yatumenyesheje ko mu bubiko ata sabuni y’amazi n’imwe iharangwa kandi ko
bataziteze vuba kubera batakija kurangura?.  Icibonekeza
ni uko kuva ubushikiranganji buhamagariye abarundi gukaraba amazi meza
n’isabuni abantu baciye batangura kuzigura ku bwinshi binatuma igiciro cazo
kiduga. Mu mangazini Home Wolrd Alimentation agacupa gatoyi k’isabuni y’amazi gapima
miriritiro 100 kagurwa amafaranga y’amarundi ibihumbi bitanu (5 000), aka
miriritiro 300 kagurwa  ibihumbi cenda (9
000) mu gihe agacupa k’iritiro imwe kagurwa ibihumbi cumi n’umunani(18 000).
Aho biruko mu gihe kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 24 ntwarante agacupa ka
miriritiro 300 ka gurwa ibihumbi cumi na bibiri(12 000), ak’iritiro imwe kageze
ku mafaranga ibihumbi mirongo ibiri na bitanu(25000). Nayo ku
bijanye n’amaterefone, ibiciro vyayo biduga ku mwanya ku mwanya. Hari n’aho
bishika bakaduza igiciro kuri terefone iri mu mwumvikano. Umudandaza
w’amaterefone yo mu bwoko bwa Itel na Tecno twasanze mu kibaza co kuri Bata
yatumenyesheje ko amaterefone azimvye ugereranije no mu misi iheze. Ati: « Hagize
aho baduza natwe duca tuduza kandi uwunkoresha ambwiye igiciro n’aho noba ndiko
ndandika fagitire ambwiye ko iduze ca ndeka ». Uwo mudandaza asigura ko
batakija kurangura mu bindi bihugu ahubwo ko bariko baradandaza izo bari
basanganywe mu bubiko izindi bakazirangura mu gihugu c’urwanda kubera ko babaye
barugara amasoko vy’imfatakibanza. Uwo mudandandaza amenyesha ko ubu
bagipfupfahaza ariko ko bigumye uko ibintu bishobora kuba nabi kuko ata nahamwe
bazoba bakirangura.  Uwo
mudandaza avuga kandi ko batakidandaza neza kuko abaguzi bagabanutse, benshi
bishakira terefone zizimbutse kubera amikoro make. Ati: « Imiryango
myinshi irangwamwo ubukene bigatuma ari bake bashobora kugura terefone zizimvye ».
Atanga akarorero kw’iterefone yo mu bwoko bwa itel 5606 yahora ku bihumbi 35
000 igeze ku bihumbi 40 000 hamwe na Tecno Pouvoir 3 Air yahora ku bihumbi 250
000 ubu igeze ku bihumbi 300 000.  Umudandaza
twasanze mu mangazini yitiriwe Obama yatumenyesheje ko bo ata ngorane bafise
kuko abaguzi baronka ku musi basa n’abangana n’abo bahora baronka. Ashikiriza
ko bamwe bidoga ko ibiciro vyaduze ariko ko bazigura. Uwundi
mudandaza wo mw’idini rya Islamu adandaza ibikoresho vya terefone avuga ko
abadandaza batoca bikika mu kiza mu kuduza ibiciro ngo nuko batakija kurangura
hanze kuko terefone bariko baradandaza bari bazisanganywe kandi ko zodandajwe
ku giciro cahahora. Ati: « Jewe
nzoguma ndandaza igiciro nahora ndandaza biheze imbibe zitarugururwa nzoja
muhira ndindire ko bugurura. Nta nyungu y’umurengera nkeneye kuko n’amategeko
y’idini arabibuza ». Aha umuntu yokwibaza
uko bigiye kugenda kubera iryo kena ry’ubwo bwoko bw’isabuni mu gihe abantu
batakija kurangura kandi abantu bose bahamagarirwa kugira isuku misi yose
gusumba uko vyahora! Mwomenya ko
n’aho ibikoresho vy’isuku bimwebimwe biriko birakena ingingo yo gukaraba imbere
yo kwinjira mu bibanza bihuriramwo abantu benshi yariko irakurikizwa hamwehamwe
nko ku masengero, ku biro, ku bituro vy’imiduga hamwe no ku bw’injiriro
bw’amazu y’idandarizo n’ahandi.
Imiriyoni zirenga 10 nizo zimaze gucibwa abaduza ibiciro vy’isima, isukari n’ibinyobwa vya Brarudi bidaciye mu mategeko mu kiringo c’indwi
Mu gihe muri
ino misi hibonekeza iduzwa ry’ibiciro ridasiguritse ku binyobwa vya Brarudi,
isima ya Buceco n’isukari ya Sosumo, Mutwa Chrisologue, umuyobozi mukuru
w’ubudandaji mu bushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi yamenyesheje
ko abadandaza barenga 80 bo mu gisagara ca Bujumbura bamaze gufatirwa ibihano
bongera batanga ihadabu y’imiriyoni zirenga 10 z’amafaranga y’amarundi. Mu kiganiro
yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane ihenekerezo rya 19
Ntwarante, Mutwa yamenyesheje ko ubushikiranganji bw’ubudandaji bwahagurukiye
ico kibazo mu gushiraho umurwi w’abakozi bajejwe gutembera mu makaritiye
bihweza ko ibiciro vyubahirizwa. Mutwa amenyesha ko uwo basanze adandaza ku
giciro yishingiye yugarigwa akongera kandi agatanga ihadabu. Avuga ko benshi mu
bugariwe bariko baraza kuriha amafaranga baciwe kandi ko bicuza icatumye baduza
ibiciro. Umuyobozi
mukuru w’ubudandaji avuga ko mu kiringo kidashika indwi uwo mugwi umaze guhana
abadandaza barenga 80, aho bamaze gutanga ihadabu rirenze imiriyoni 10
z’amafaranga y’amarundi. Mutwa amenyesha ko hari n’ubundi busuma bukorwa aho
umudandaza ajejwe gutanga isukari ku badandaza batobato yiha uburenganzira bwo
kudandaza isukari ku kilo kugira yunguke amafaranga menshi abandi nabo
bakarondera abakomisiyoneri kugira babaronderere abadandaza batobato baza
kuyigura izimvye maze nabo bagaca bayidandaza ku giciro kinini kugira
ntibahombe gutyo umunyagihugu akaguma yibwa. Mutwa
ashikiriza ko umudandaza akuri isukari muri Sosumo canke isima muri Buceco
afashwe yarengeje ibiciro aca akurwa ku rutonde maze agaca atanga n’ihadabu.
Mutwa asigura kandi ko nk’akarorero iduzwa ry’ibiciro vy’isukari ritagira
insiguro kuko sosuma itanga buri kwezi amatoni y’isukari ari hagati y’ibihumbi
2500 na 2700. Kubera
uruhigi rw’abadandaza biba abanyagihugu ruriko rurakorwa mu gisagara ca
Bujumbura, Mutwa ashikirizako ubu ibiciro biriko birasubira uko Leta
yabishinze. Ubu ikiro c’isukari kikaba kiri ku mafaranga 2 400 mu gihe cahora
kigurwa amafaranga 3 000 nayo umufuko w’isima ya Buceco ku mafaranga 24 500. Mu ntumbero
yo gutuza ako kabi kabishe gafatira amaboko i mugongo abanyagihuhu, Mutwa
avugako urwo ruhigi ruzobandanya mpaka batujije abo banyonyezi. Mutwa asaba
abadandaza kwubahiriza ibiciro vyashinzwe na Leta ata uko bazofatirwa ibihano
bongere batangishwe ihadabu nini. Mwomenya ko ishirahamwe Buceco rihingura isima y’ubwoko 2. Hari isima ya 32.5 igurwa amafaranga ibihumbi 24 500 hamwe n’isima 42.5 igurwa ibihumbi 30 000. Abanyagihugu bobwirijwe kumenya ubwo bwoko bw’isima kugira ntibagume bidoga ko yazimvye batabanje kuraba ubwoko bwayo.
Umukuru w’igisagara ca Bujumbura aragabisha abakora urudandazwa rwo mw’ibarabara muri Mukaza
Mu gihe imiryango
itari mike mu gisagara ca Bujumbura no mu micungararo yaho itunzwe
n’urudandazwa rutoruto hamwe no kwunguruza abantu ku makinga, amapikipiki na
tukutuku, Freddy Mbonimpa arongoye igisagara ca Bujumbura yibutsa ko kizira
kikaziririzwa gukora urudandazwa rwo mw’ibarabara no kwunguruza abantu ku vyuma
bitobito hagati muri komine Mukaza. Mu nama yagirishije abajejwe intwaro n’umutekano kuri uyu wa
mbere igenekerezo rya 16 Ntwarante, umukuru w’igisagara ca Bujumbura
yamenyesheje ko amategeko ahari kugira akurikizwe. Avuga ko hagati mu gisagara
hasigaye hibonekeza ku bwinshi abantu bakora urudandazwa rwo mw’ibarabara na
canecane abadandaza imyumbati yo guhekenya, amavoka, imihwi, amagi, ibiyoba
n’ibindi. Avuga ko hari abandi batembereza ibintu vy’ibisharizo ku rutugu. Freddy Mbonimpa yibukije abajejwe intwaro n’igipolisi ko
ingingo zafashwe ku bijanye n’urwo rudandazwa zivuga ko kizira kikaziririwa
gutembereza ibidandazwa muri komine Mukaza mu gihe muri komine Muha na
Ntahangwa urwo rudandazwa rutabujijwe. Mbonimpa yaraneguye ingendo y’abapolisi bamwebamwe bafata
umuntu ngo nuko yikoreye imyumbati, imihwi canke amavoka hagati mu gisagara.
Abasaba kubanza kuraba neza ko ariko aradandaza kuko ata tegeko na rimwe ribuza
umuntu guca hagati mu gisagara yikoreye ibidandazwa ashoye mw’isoka kwa Siyoni
canke kuri COTEBU. Mbonimpa yibutsa abunguruza abantu ku makinga, amapikipiki
na tukutuku ko batarekuriwe kwinjira muri zone Rohero. Abasaba gukurikiza
umuhora bahawe mu ntumbero yo kwirinda amasanganya. Arakaza Yohana, umwe mubatembereza imyumbati we twasanze
muri zone Rohero avuga ko iyo ngingo ari iyo kubafatira amaboko imugongo kuko
nabo bakeneye gutunga imiryango yabo nk’uko n’abandi babayeho. We asaba ko bobareka bakadandaza
ariko bakirinda guta imicafu ahari ho hose Nayo Nahayo Siriviya, avuga ko ayo mavoka ariyo akuramwo amafaranga y’ishure y’abana hamwe n’utundi twankenerwa. We yibaza ico bacumuye kuko bahuye n’umupolisi atungwa n’ayo yameze ari we yomukingiye. Ati: « Ntivyoroshe ariko nta kundi ndi bugire kuko ndetse kudandaza abana bokwicwa n’inzara ». Umukuru
w’igisagara ca Bujumbura akaba ahamagarira abajejwe umutekano gushira mu ngiro
ingingo zafashwe bongere bace ihadabu abazorenga ku mategeko.
Amashirahamwe ahingura ibintu vy’ubuhinga asabwa gukorera mu muco
Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 11 Ntwarante 2020, Ubushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi bubicishije ku buyobozi bukuru bujejwe ubushakashatsi, ubuhinga no guhingura ibintu bishasha bwaratunganije uruganda rwo kwerekana urugero ibigo bitobito bihingura ibintu bishasha bigezeko mu Burundi Bangirinama
Ferederiko, Umunyamabanga yamaho mu bushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza
n’ubushakashatsi akaba n’umwigisha muri kaminuza y’Uburundi amenyeshako mu
gisata c’ubushakashatsi haranguwe vyinshi mu mwaka wa 2019. Avuga ko mu
ntumbero yo gutorera inyishu ibibazo vy’abanyagihugu vya misi yose,
Ubushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza bwashinze ibigo bikora ubushakashatsi
mu makaminuza atandukanye. Ivyo bigo biriko birarondera gukorana n’abantu
bahingura ibintu hakoreshejwe ubushakashatsi mu ntumbero yo guhingura ibifise
akanovera bishobora kurenga imbibe z’igihugu maze hakaba akunguko ku gihugu no
kw’ishirahamwe. Bangirinama
amenyesha ko mu mwaka wa 2019 igisata kijejwe ubuhinga, ubushakashatsi no
guhingura ibintu bishasha cagendeye abantu 1270 bahingura ibintu bitandukanye
mu ntara zose z’igihugu. Uwo
munyamabanga asigura ko inganda ntonto zihingura ibintu zifise intambamyi
ahanini yo kubura abakozi babifisemwo ubumenyi buhagije kuko benshi bafise
amashure ari musi ya 13. Izo nganda zifise kandi ingorane yo kubura uburyo
bukwiye bigatuma bakora nabinabi. Bangirinama avuga ko bamwe mu bahingura
ibintu biyugaranye bataja hamwe n’abandi kugira bashobore gushira hamwe inguvu
bakore ibintu birama. Iyindi ntambamyi n’uko ivyo bahingura bitaronka isoko
kuko usanga bidafise akanovera gakwiye. Nk’uko imiti
ikora ikoranye, uwo munyamabanga yamaho asaba abahingura ibintu hakoreshajwe
ubushakashatsi gukorana n’abashakashatsi bo mu makaminuza atandukanye yaba aya
Leta canke abigenga kugira bungurane ubumenyi maze ivyo bahinguye bihurumbirwe
na benshi vyongere bishorwe mu makungu. Gutyo izo nganda zironke uburyo bukwiye
bwo gukora n’abakozi bahatorere akoyoko. Nijimbere
Karaveri, umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe ubuhinga, ubushakashatsi no
guhingura ibintu bishasha avuga ko mu mwaka wa 2019 ico kigo cakoreye mu bisata
8 bitandukanye. Ico kigo cakoreye mu gisata co gihingura ivyo mu burimyi,
igisata c’amagara y’abantu, igisata c’umuyagankuba no kwiyunguruza, igisata co
guhingura ibikoresho, igisata c’amazi no gukingira ibidukikije, igisata
c’imibano n’igisata c’ubumenyi bushingiye ku mico kama. Nijimbere amenyesha
ko mu nganda bagendeye igisata co guhingura ibijanye n’uburimyi kiza ubwa mbere
ku bice 50.6 kw’ijana, kigakurikirwa n’igisata co guhingura ibikoresho ku bice
36.07 kw’ijana. Nijimbere
ahamagarira amashirahamwe ahingura ibintu gukora yisunze amategeko kuko ayatari
make muyo bagendeye adafise inomero ndanga mutangakori kandi adatanga amakori.
Amenyesha ko ibice 79.4 kw’ijana arivyo bitanga ikori. Igisagara ca Bujumbura
kikaba kiza mu kibanza ca mbere ku bice 23.40 kw’ijana, ubwa 2 haza intara ya
Cibitoke ku bice 7.80 kw’ijana, ubwa 3 haza intara ya Muyinga ku bice 5.68
kw’ijana. Nijimbere
amenyesha kandi ko amashirahamwe menshi ahingura ibintu bidaciye mu mategeko.
Avugako ku mashirahamwe 141 bagendeye, 28 gusa ariyo afise uruhusha rwo gushora
ibintu kw’isoko. Umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe ubuhinga n’ubushakashatsi
asaba ayo mashirahamwe kubanza gusaba uruhusha imbere yo gushora ibintu
kw’isoko kuko ivyo bahinguye vyohava bigira ingaruka mbi ku buzima bw’abantu.  Avuga ko
intara ya Rutana iza ubwa mbere mu kudandaza ivyahinguwe biciye mu mategeko,
ubwa 2 haza intara ya Kayanza ubwa 3 intara ya Ruyigi. Nijimbere
asigura ko imbere yo kudakorera mu muco bakoresha abantu bafise ubumenyi buri
hasi kuko mu matohoza yabaye vyerekanye ko muri ayo mashirahamwe abakozi baza
ubwa mbere bafise ubumenyi buri musi y’amashure 12, ubwa kabira haza abize
kaminuza ku bice 8.19 kw’ijana, ubwa 3 haza abafise amashure atarenga 13 ni
ukuvuga icice 7 n’ibice 56 kw’ijana. Umwe mu bari
bitavye iyo nama akora ibikoresho vyo gutekeramwo ibintu asaba ko amategeko
agenga ibikorwa mvabwenge yokubahirizwa kuko ngo muri ino misi hibonekeza
abantu benshi bakora ibintu bimwe kandi bose bafise impapuro zibaha
uburenganzira. Asaba abipfuza guhingura ikintu kanaka kuja hamwe n’abandi
batanguye kugihingura kugira bagwize umwimbu kandi bakore ibintu vy’agaciro
bishorwa no mu makungu. Mwomenya ko
iyo nama yari yahuje abahinga mu bushakashatsi hamwe n’abakora ibintu
bitandukanye mu ntumbero yo kwerekana uko ayo mashirahamwe akora.
Ubushikiranganji bw’ubudandaji buriyamiziza iduzwa ry’igiciro c’isukari bidaciye mu mategeko
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru
kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 9 Ntwarante, umushiranganji w’ubudandaji,
amahinguriro n’ingenzi yamenyesheje ko muri ino misi hibonekeza ubukene
budasiguritse bw’isukari ya Sosumo mu gihe iryo shirahamwe  rihingura ku kwezi amatoni ari hagati ya 2500
na 2700. Avuga ko iryo kena rituma haba ibiciro vy’umurengera ku masoko, aho
ikiro cagurwa amafaranga 2400 kigurwa hagati ya 2600 na 3000 Umushikiranganji
Niyokindi Yohani Mariya amenyeshako ku masoko atandukanye hibonekeza iduzwa ry’ibiciro
vy’isukari ya Sosumo, ibinyobwa vya Brarudi hamwe n’isima ya BUCECO. Uwo
mushikiranganji asigura ko ikiro c’isukari kigurwa hagati y’amafaranga
y’amarundi 2600 na 3000 mu gihe igiciro ca Leta ari 2400. Niyokindi avuga ko
iryo duzwa ry’ibiciro ridatahuritse kuko ishirahamwe Sosumo ritanga ku kwezi amatoni
y’isukari ari hagati ya 2500 na 2700. Umushikiranganji
Niyokindi amenyesha ko iryo kena ry’isukari riva ahanini ku badandaza bayikura
mw’ishirahamwe Sosumo, aho kuyiha abadandaza batobato baca bayinyegeza kugira
bazokwunguke amafaranga menshi kandi bitemewe n’amategeko agenga urwo
rudandazwa. Umushikiranganji
Niyokindi ahamagarira abadandaza kuvavanura n’iyo ngendo igayitse. Avuga ko mu
ntumbero yo gutuza ubwo bunyonyezi, abadandaza bamaze kwagirwa n’icaha bamaze
gufatirwa ibihano mu kugarirwa amamangazini yabo, bagakurwa ku rutonde
rw’abakura isukari muri Sosumo bakongera bagatanga ihadabu y’amafaranga menshi.
Niyokindi amenyesha kandi ko isukari bafatanywe ica idandazwa icamunara. Umushikiranganji
amenyesha ko abadandaza b’isukari batanu bo mu gisagara ca Bujumbura; bane muri
komine Mukaza  n’umwe muri Muha bamaze
gukurwa ku rutonde rw’abarangura isukari muri Sosumo .  Nayo ku badandaza
isima ya BUCECO, 21 bo mu makomine ya Muha na Ntahangwa nibo bamaze gufatirwa
ibihano vyo gukurwa ku rutonde. Umushikiranganji
Niyokindi aragabisha abadandaza b’isukari, isima ya Buceco hamwe n’ibinyobwa
vya Brarudi bidugiriza ibiciro uko bashatse. Uwo mushikiranganji asaba abanyagihugu kudoma urutoke ku badandaza
banyegeza isukari canke isima kuko baba bariko barasubiza inyuma Leta. Asaba
kandi abarongoye intara gukurikirana neza
abadandaza b’isukari bishikira muri Sosumo mu kugenzura ko isukari bahawe
bayishikana yose kandi ko bayigurisha ku giciro ca Leta. Ishirahamwe ABUCO ribona ko ikibazo
c’ikena ry’isukari kiva ku mwimbu muke Nduwayo
Petero arongoye ishirahamwe riharanira agateka k’abaguzi ABUCO ikibazo c’ikena
ry’isukari kihari. We avuga ko n’aho Leta yemeza ko isukari ihingurwa na Sosumo
ikwiye, bidatahuritse ukuntu iguma ibura. Nduwayo abona ko umwimbu wayo
udahagije. Ati: «  Biraboneka
ko isukari ihingurwa n’isharahamwe Sosumo idakwiye kuko mu gihe yoba ikwiye,
n’aho yoshorwa hanze y’igihugu ntaco vyokwonona, abanyagihugu boguma baronse iyo
bakoresha ku rugero ruhagije ». Nduwayo ashikiriza kandi ko « Iyo umwimbu ari muke abikaka mu kiza
baba benshi. Mu Burundi abakeneye isukari ni benshi mu gihe iboneka ari nkeyi ». Mu ntumbero
yo kugwanya iryo kena ry’isukari, Nduwayo asaba Leta ko yokwugurura imbibe
abadandaza bakinjiza isukari ivuye hanze ikaza gusahiriza iyari ihasanzwe.
N’ayo ku badandaza banyegeza isukari, umukuru wa ABUCO aranegura iyo ngendo.
Asaba nyabuna gutanga isukari uko yabonetse ku giciro kizwi n’amategeko
badafatiye amaboko mu mugongo umuguzi, maze uwubirenzeko agafatirwa ibihano. Mwomenya ko
isekeza ryo gutuza abadandaza bikika mu kiza bakanyegeza isukari n’isima ya
Buceco ribandanya. Ubushikiranganji bw’ubudandaji busaba abadandaza kwubahiriza
ibiciro no gutanga isukari uko bayirose.
Ikigo OBR catanguje inyigisho zo gutunganya urubuga rw’amakuru ajanye n’urudandazwa mu Burundi
Ikigo
kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi mu Burundi gifadikanije n’amashirahamwe
ITC na  CNUCED caratanguje kuri uyu wa
mbere igenekerezo rya 17 Nzero 2020 inyigisho z’imisi 4 ku bakozi baco zijanye
no gukoresha urubuga rwo guhanahana amakuru ku vyerekeye urudandazwa kugira
abadandaza n’abaguzi bamenye amakuru aberekeye. Urwo rubuga ruzofasha
abadandaza bashora canke barangura hanze y’igihugu kumenya ibikenewe Manirakiza
Adolphe, Komiseri ajejwe amaduwane amenyeshako urwo rubuga ruzocako amakuru
yose afasha umudandaza kumenya mu mwanya muto ibijanye n’urudandazwa hamwe no
kumenya ikiringo gisigaye ngo ibidandazwa yatumyeko bimushikire.  Avuga ko urwo rubuga ruzofasha abadandaza
bashora  canke barangura hanze y’igihugu
kumenya ibikenewe kugira ibidandazwa vyabo vyinjire canke bisohoke hanze
y’igihugu. Komiseri
Manirakiza amenyeshako nk’uko uwo mugambi wafashije mu bihugu bibanyi nka
Kenya, Urwanda, Uganda na Tanzaniya, urwo rubuga ruzokwerekana neza ingendo
zose zijanye n’urudandazwa ndengambibe hamwe no gushirahamwe impinduka ku
bijanye no kworohereza abadandaza mu ntumbero yo guteza imbere urudandazwa
hamwe n’amahinguriro matomato yo mu karere ka Afirika y’ubuseruko. Kjartan
SORENSEN aserukira ishirahamwe CNUCED amenyeshako urwo rubuga ruzokwiragiza
amakuru yose ajanye n’urudandazwa mpuzambibe. Ayo makuru azoba yerekeye
ibidandazwa bidandazwa mu Burundi canke birangurwa hanze. Kjartan avugako izo
nyigisho z’imisi 4 zizotuma abakozi b’ikigo OBR bamenya ubuhinga buhagije mu
bijanye no gutunganya urwo rubuga ngurukanabumenyi. Kjartan avuga ko izo
nyigisho zizoshimikira ahanini kw’ikoreshwa ry’urwo rubuga, akamaro karwo
ugereranije n’izindi mbuga zo mu karere, kwegeranya amakuru hamwe no gukingira
amakuru ari kuri urwo rubuga. Mwomenya ko
gufashanya n’amashirahamwe ITC na CNUCED ari intambwe ikomeye ku Burundi mu
kwinjira no kwerekana umuco mu gisata c’ubudandaji mu karere ka Afurika
y’ubuseruko.
Ikigo OBR gihamagarira abapangishije amazu kuriha amakori
Ikigo kijewe kwegeranya amakori
n’amatagisi mu Burundi « OBR » gifadikanije n’ubuyobozi bw’igisagara
ca Bujumbura, catunganije kuri uyu wa 4 igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2020
uruganda rwo kwibutsa abajejwe intwaro guhimiriza abantu bose bafise amazu
bapangishije  kuyandikisha mu kigo no kuriha
amakori « OBR ». Ico gikorwa co kuriha kikaba cama gitangura kuva
kw’igenekerezo rya 2 Nzero gushika kurya 30 Ntwarante ku mwaka ku mwaka Ferederiko
Manirambona arongoye ikigo OBR mu gihugu hagati avugako amakori n’amatagisi
atangwa afasha mu bikorwa vy’iterambere
hamwe no kwubaka inyubakwa rusangi nk’ibitaro amabarabara n’ibindi.
Amakomine akaba aronka ibice 60 kw’ijana y’ayo makori kugira yiteze imbere. Ibice
40 kw’ijana vyinjira mu kigega ca Leta. Amenyesha kandi ko ayo makori atangwa
ku mafaranga umuntu aba yinjije ku mwaka wose. Iyo bishitse akadandaza iyo nzu
avugako ikori rica riharugwa kuva mu kwezi kwa mbere gushika kw’itariki
ayigurishirijeko. Komiseri
Manirambona amenyesha ko ikigo OBR categuye intonde z’abantu bose batanga
amakori n’amatagisi ku mazu bapangishije kuri kira karitiye. Asaba ko abajejwe
intwaro bohimiriza kandi bakadoma urutoke ku bantu bafise amazu bapangishije
ariko badatanga ikori kuko ngo bariko bariba igihugu. Komiseri
Manirambona avuga kandi ko ibikorwa vyo kumenyekanisha ayo mazu mu gisagara ca
Bujumbura biriko bibera mu bibanza 2 muri komine Ntahangwa arivyo ishure
ryisumbuye rya Ngagara no kuri Aluma muri zone kamenge. Muri komine Mukaza ni
ku biro vya zone Rohero mu gihe muri komine Muha, ico gikorwa kiriko
kirangurirwa kw’iseminari ntoya yo mu Kanyosha. Joseph
Ndayishimiye, umukuru w’igisata kijejwe kwegeranya amakori atozwa ku mazu
apangishijwe avuga ko inzu nshasha itangirwa ikori imaze imyaka ibiri yubatswe.
Iyo ipangishijwe nyeneyo aca agenda kuyimenyekanisha mu kigo OBR kugira ku
mwaka ugira 3 atange ikori. N’ayo mu gihe uwupanze atarishe amafaranga,
Ndayizeye avugako mwene gupangisha aca atwara muri OBR urupapuro rwa sentera
rwerekana ko aheraniwe. Atarutwaye aca ayariha. Ariko uwo muyobozi ashikiriza
ko iryo kori ategerezwa kuririha muri OBR igihe cose bamwishuriye. Ku bijanye
n’amahoteri n’amazu y’ingenzi (maisons de passage), Ndayizeye amenyesha ko ayo
mazu atanga ikori ku bantu yakiriye. Mwomenya ko
umuntu afise ibirarane vy’amafaranga atarishe arihishwa ihadabu ry’ibice 50
kw’ijana vyayo mafaranga aheranye.
Imiriyoni 32 z’ amadorari nizo zinjiye mu kigega ca leta zivuye mu gisata c’ubutare mu gice ca mbere c’umwaka 2019-2020
Imiliyoni 32 z’amafaranga y’amadorari
y’abanyamerika niyo mafaranga ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu, ubutare
n’agataka bwinjije mu gice ca mbere c’umwaka (kuva mu kwezi kw’indwi gushika  mu kwezi kwa Kigarama 2019). Vyashikirijwe n’umushiranganji w’ubutare n’agataka Côme Manirakiza ku
munsi   wa gatanu igenekerezo rya mbere
ruhuhuma 2020 mu gihe yariko ashikiriza ivyaranguwe muri ubwo bushikiranganji.   Côme Manirakiza amenyesha ko bishimiye umwimbu
wabonetse mu gisata c’Ubutare. « Muri
kino gice twashoboye kuronka ibiro 817 vy’inzahabu, amatoni 380 y’ubutare bwa
Coltan na Cassitérite hamwe n’itoni 100 z’akabuye k’akabuyenge kimboneka rimwe(Pierre précieuse)». Ibindi
vyaranguwe, Côme Manirakiza amenyesha ko ubushikiranganji bwakurikiranira hafi
amashirahamwe 5 yimba ubutare. Ayo nayo akaba ari Tanganyika Mining Burundi
isanzwe yimba inzahabu mu karere ka Mabayi mu ntara ya Cibitoke ; Rain Bow
Mining ricukura ubutare bwakabuyekakabuyenge kimboneka rimwe mu ntara ya
Bujumbura ; ishirahamwe Taminco risanzwe ricukura ubutare bwa colton na
cassitérite i kabarore mu ntara ya Kayanza, ishirahamwe  Africa Mining Burundi ririko ririsuganya
ryubaka aho rigiye kwimba inzahabu i butihinda mu ntara ya Muyinga, ishirahamwe
Ntega Mining Burundi naryo ririko ririsuganya kugira rizokwimbe ubutare bwa Coton
na Cassitérite mu karere ka Marangara mu ntara ya Ngozi na Vumbi mu ntara ya
Kirundo. Umushikiranganji
amenyesha ko Ntega Mining Burundi izotanguza ibikorwa nyezina ku mugaragaro muri
kino gice kigira kabiri. Yongeyeko
kandi ko hakwirikiranywe n’amashirahamwe akoresha uburyo bubayabaye (exploitation
artisanale). Impusha zirenga 171 zaratanzwe hongera harakurikirwa ama site angana
278. Ubushikiranganji
bw’umubutare n’agataka bwaratanze kandi amasoko yokongereza ibikoresho bisanzwe
bikoreshwa n’ikigo OBM (Office Burundais des Recettes), kijejwe gucukura
ubutare nk’imiduga n’ibindi vyuma vyubuhinga bisanzwe bikoreshwa mukurangura
akazi ka minsi yose. Côme
Manirakiza arashima umwimbu ubushikiranganji bwashitseko. « Dukurikije ivyo twari
twarishinze,turishimye turavye intambwe tugezeko».
Imirwi izokina urukino rwanyuma mw’ihiganwa ry’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu izomenyekana mu mpera y’iyi ndwi
Ku magenekerezo ya 06 na 07 rusama 2020 niho hategkanijwe inkino zo gusubiriza z’igice ca kabiri gishira icanyuma mw’ihiganwa ry’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu Ku musi wa gatandatu Ku kibuga Peace Park Stadium Pierre Nkurunziza mu ntara ya Makamba, umurwi wa Aigle Noir Cs uzotana mu mitwe na Rukinzo igihe c’isaha cenda z’umuhingamo(15h). Mu rukino rwambere iyo mirwi yanganije igitsindo kimwe ku kindi(1-1) ku kibuga Intwari kw’igenekerezo rya 23 rusama. ⚽️Au stade Ingoma de #Gitega, #Musongati va affronter #Interstar au moment où au stade #PeaceParkComplexPierreNkurunziza de #Makamba, #AiglesNoir Cs va croiser le fer avec #RukinzoFc, l'équipe de la police du #Burundi pic.twitter.com/wtwQUzJxFX Ku musi w’Imana, igenekerezo rya 07 rusama, ku kibuga Ingoma mu ntara ya Gitega, umurwi wa Musongati Fc uzotana mu mitwe na Inter Star igihe c’isaha icenda(15h). Mu rukino rwa mbere kw’igenekerezo rya 26 rusama iyo mirwi yanganije ubusa ku bundi(0-0) ku kibuga Intwari mu gisagara ca Bujumbura.
Indwi ya 28 ya Primus Ligue : Inter Star yirahiye Vital’o 2 kuri 1
Ku magenekerezo ya 30 na 31 ihiganwa rya Primus Ligue ryari rigeze ku munsi ugira 28. Urukino rwari rurindiranwe igishika n’abantu benshi rwahuje imirwi ya Inter Star na Vital’o. Umurwi wa Inter Star yirahiye Vital’o ibitsindo bibiri kuri kimwe (2-1). Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 30 Rusama, ku kibuga Intwari, umurwi wa Inter Star watsinze Vital’o ibitsindo bibiri kuri kimwe (2-1). Ku kibuga Ingoma mu ntara ya Gitega, Flambeau du Centre yahanganirije n’umurwi wa Aigle Noir CS ubusa ku bundi (0-0). Ngozi City  yanyagiriwe ku kibuga cayo na Rukinzo FC ibitsindo bine kuri kimwe (1-4). Ku musi w’Imana, igenekerezo rya 31 Rusama, ku kibuga Urukundo, Messager Ngozi yatsinze BS Dynamic ibitsindo bibiri kuri kimwe (2-1). Ku kibuga Ingoma mu gisagara ca Gitega, Musongati Fc yanyagiye LLB-S4A ibitsindo bine ku busa (4-0). Ku kibuga Urunani mu ntara ya Cibitoke, Bumamuru yahatsindiwe na  Olympic Star ibitsindo bitatu kuri kimwe (1-3). Ku kibuga Umuco mu ntara ya Muyinga, Kayanza United yirahiye Les lierres mu kuyitsinda  2-1. Ku kibuga Intwari mu gisagara ca Bujumbura, Athletico Academy  yatsinzwe na Buja City igitsindo kimwe ku busa (0-1). Messager Ngozi FC iza mu kibanza ca mbere ku rutonde rw’ihiganwa Mu gihe hasigaye inkino 2 kugira ihiganwa rirangire, umurwi wa Messager Ngozi uza mu kibanza ca mbere n’amanota 58 mu gihe umurwi wa Musongati Fc uri mu kibanza ca kabiri n’amanota 55. Imirwi ya Aigle Noir, BS Dynamik na Flambeau Centre inganya amanota 42. Umurwi wa Vital’O FC uza mu kibanza ca gatandatu n’amanota 41.Umurwi wa Bujumbura City uza mu kibanza c’indwi n’amanota 40 mu gihe imirwi ya Inter Star  na Rukinzo inganya amanota 38. Olympic Star na Kayanza United iza mu bibanza vya cumi na cumi narimwe n’amanota 36. Hakwirikira imirwi ya Bumamuru FC na Athlético Olympic 35.Imirwi itatu iza mu bibanza vyanyuma ni LLB S4A ifise amanota29, Ngozi City ufise 22 na Les Lierres ufise amanota 20. Imirwi ya Ngozi City na Les Lierres ikaba iza yaramaze gukorokera mu cicar ca kabiri.
Inyuma yo gutsindwa 4 kuri 1 na BS Dynamic umumenyereza mukuru wa Aigle Noir yahawe akaruhuko(congé payé) k’ inkino zose zisigaye
Kuri uyu w’Imana, igenekerezo rya 05 Ndamukiza 2020 ku kibuga Intwari , ku musi w’ihiganwa ugira 27, umurwi wa Aigle Noir watsinzwe bikomeye na na Burundi Sport Dynamic ibitsindo 4 kuri 1. Inyuma yo gutsindawa ivyo bitsindo vyose,  Joslin Bipfubusa,  umumenyereza  mukuru wa Aigle Noir yahawe akaruhuko(congé payé)k’inkino zisigaye zaba iza Primus Ligue canke izo mu gikombe c’umukuru w’igihugu Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook, Ndikuriyo Reveriano, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi akaba arongoye n’umurwi wa Aigle Noir avuga ko iyo ndwi yose irangiye umumenyereza mukuru atakurikiranye abakinyi kandi ko n’urutonde rw’abakinyi batanguye mukibuga k’urukino rwabahuje na BDS Dynamic ataho bihuriye n’uko umurwi usanzwe utunganijwe. Agira ati: «Kubera twasanze indwi yose abakinyi batakurikiranywe n’umumenyereza mukuru ku buryo n’urutonde rw’akinye ataho bihuriye n’uko umurwi usanzwe utunganijwe, ubuyobozi bwa aigle noir burahaye akaruhuko ( congé payé) umumenyereza mukuru». Umurongozi wa Aigle Noir amenyesha ko uwo mu menyereza ahawe «umwanya wo gutegura Saison 2020-2021». Ndikuriyo Reveriano amenyesha kandi ko inkino z’ihiganwa rya Primus Ligue zisigaye n’igikombe c’umukuru w’igihugu bizokorwa n’umumenyereza wa Aigle Noir w’abari musi y’imyaka 17 ( Gustave) afashijwe n’icegera c’umumenyereza mukuru Nzohabonayo Aimé. Tubibutse ko ihiganwa rya Primus Ligue risigaje inkino 3 ngo rirangire.
Messager Ngozi yongereje amahirwe yo gutahukana igikombe ca Primus Ligue inyuma yo kunganya na Musongati Fc
Mu mpera yindwi irangiye, ihiganwa rya
Primus Ligue ryari ku munsi ugira 26. Urukino rwari rwitezwe cane rwahuje
imirwi 2 ya mbere iriko irahiganirwa gutahukana igikobe c’ihiganwa; Messager
Ngozi na Musongati Fc. Urwo rukino rwabereye ku kibuga Ingoma co mu ntara ya
Gitega rwarangiye iyo mirwi inganije igitsindo kimwe ku kindi(1-1). Igitsindo
ca Musongati cinjijwe na Musore Aroni  mu
gice ca mbere k’umunota wa 16 mu gihe Niyibikora Arthur yinjije igitsindo co
kugombora ku munota wa 89. Icababaje cane abakunzi ba Musongati baza bizeye
intsinzi. Urundi rukino rwaranze umusi wa 26  wa
Primus Ligue n’urwahuje umurwi wa Vital’o na Athletico Academy ku munsi w’Imana,
igenekerezo rya 22 ntwarante. Vitalo ikaba yatsinzwe ibitsindo bibiri k’ubusa(2-0).
Vitalo ikaba itakaje amahirwe yose yo gutahukana igikombe ikaba itsinzwe kabiri
yikwirikiranya. Ku munsi wa gatandatu, igenekerezo rya 21 ku kibuga Peace Park Stadium mu
ntara ya Makamba Ngozi City yatangaje LLB mu kuyitsinda igitsindo kimwe k’ubusa(0-1).
Intsinzi yatumye umurwi wa Ngozi City uva mu kibanza ca nyuma warumazemwo igihe
kitari gito. Ku wa gatandatu nyene, ku kibuga Intwari, Buja City yatsinze Kayanza United  bibiri kuri kimwe(2-1) mu gihe Rukinzo Fc yirahiye
Lierres Fc mu kuyitsinda bibiri k’ubusa(2-0). Mu ntara ya Muyinga, Olympic star
yahatsindiwe na BS Dynamik kimwe k’ubusa(1-0) Ku musi w’Imana, igenekerezo rya 22, ku kibuga Urunani muri komine Buganda,
intara ya Cibitoke, Bumamuru Fc yahatsindiwe na Aigle Noir kimwe k’ubusa(1-0). Ku
kibuga Intwari, Inter star yanganije na Flambeau du Centre igitsindo kimwe ku
kindi(1-1) . Mu gihe hasigaye inkino 4 gusa, umurwi wa Messager Ngozi uza mu kibanza ca mbere n’amanota 54,Musongati ukaza mu kibanza ca kabiri n’amanota 50.  Twobibutse ko imigwi ya Musongati FC na Athletico Academy ifise urukino rw’ikirarane ruzoyihuza mu kwezi kuza.
Vital’o yatakaje amahirwe yo gutahukana igikombe ca Primus Ligue inyuma yo gutsindwa na Ngozi City
Ku
magenekerezo ya 14 na 15 Ntwarante 2020, ihiganwa rya Primus Ligue ryari ku
munsi waryo ugira 25. Bimwe mu vyaranze izo nkino, ni itsindwa ry’umurwi wa
Vital’o na Ngozi City igitsindo kimwe k’ubusa(1-0) ku kibuga Urukundo mu ntara
ya Ngozi. Uko gutsindwa kwatumye umurwi wa Vital’o utakaza icizere co
gutahukana igikombe c’ihiganwa kubera ko urushwa amanota 13 n’umurwi uri mu
kibanza ca mbere mu gihe hasigaye inkino 5 ngo ihiganwa rirangire.  Urundi rukino rwaranze iyi ndwi n’urukino
rwahuje umurwi  wa Athletico academy na
Aigle Noir kuri uyu w’Imana, igenekerezo rya 15 ku kibuga Intwari co mu
gisagara ca Bujumbura. Rwarangiye  Aigle
Noir inyagiye bikomeye umurwi wa Athletico academy ibitsindo bitanu kuri (5-1).
Uko
izindi nkino zagenze   Ku munsi wa gatandatu, igenekerezo rya 14
Ntwarante 2020 igihe c’isaha indwi n’inusu(13h 30), ku kibuga Intwari umurwi wa
Inter star wahatsindiwe na Musongati Fc igitsindo kimwe k’ubusa (0-1) mu gihe
isaha icenda(16h), Rukinzo Fc watsinze Bs Dynamik kimwe k’ubusa(1-0). Mu ntara
ya Makamba, ku kibuga Peace Park Stadium, LLB S4a yahatsindiye Les Lierres Fc
ibitsindo kuri kimwe(2-1). Ku munsi w’Imana, igenekerezo rya 15
Ntwarante 2020, ku kibuga Intwari, Bujumbura City yanganije na Olympic star y’i
Muyinga igitsindo kimwe ku kindi( 1-1).  Ku kibuga Urunani c’i Buganda mu ntara ya
Cibitoke, Bumamuru Fc wanganije na Kayanza United igitsindo kimwe ku kindi(1-1)
mu gihe umurwi wa Messager Ngozi watsinze Flambeau du Centre bibiri kuri
kimwe(2-1) ku kibuga Urukundo. Ku rutonde rw’ihiganwa,  Messager Ngozi uza mu kibanza ca mbere
n’amanota 53, ugakurikirwa na Musongati Fc ufise amanota 49 n’urukino rumwe
rw’ikirarane mu gihe Vital’o Fc iza mu kibanza ca gatatu n’amanota 40.  Imirwi iza mu bibanza bitatu vyanyuma ni Athletico academy ifise amanota 28 n’urukino rw’ikirarane rumwe, Les Lierres Fc ifise amanota 20 hamwe na Ngozi City ifise amanota 18.
Indwi ya 23 ya Primus Ligue : Musongati FC yirahiye Flambeau du Centre ibitsindo 4 kuri 1
Ku
magenekerezo ya 29 Ruhuhuma na 01 Ntwarante 2020 ihiganwa rya Primus Ligue
ryari rigeze ku ndwi igira 23. Urukino rwari rwitezwe n’abantu isinzi  ku musi w’Imana rwahuje imirwi ibiri yo mu
ntara ya Gitega (Musongati na Flambeau du Centre). Urwo rukino rukaba rwaroroheye
cane umurwi wa Musongati nk’uko benshi batari bavyiteze kuko watsinze ibitsindo
4 kuri 1 ca Flambeau du Centre Ibitsinzo vya Musongati vyinjijwe na Rukundo
Benjamin  ku munota wa 18, « Kiwara »
ku munota wa 60, Amissi Léon ku munota wa 70 hamwe na Aaron Musore yatsinze
igitsindo ca nyuma ku munota wa mbere w’agasunuzo (90’+1). Igitsindo kimwe c’umurwi
wa Flambeau du Centre cinjijwe na Aimé Gakiza
ku munota wa 88. Ivyo vyabaye uko mu gihe kuva ku munota wa 30, abakinyi
ba Flambeau du Centre bakinye ari 10 inyuma y’ikarata itukura yahawe
“Bishaza” umukinyi w’inyuma. Uko
izindi nkino zagenze Ku musi wa gatandatu, igenekerezo rya 29 Ruhuhuma
2020, ku kibuga citiriwe Intwari, umurwi wa Athletico Academy  watsinze Burundi Sport Dynamic igitsindo
kimwe ku busa (1-0). Ku kibuga Ingoma c’i Gitega, Kayanza United yanyagiye
Olympic Star ibitsindo bitatu ku busa (3-0) mu gihe ku kibuga Peace Park Stadium
co mu ntara ya Makamba LLB S4A yahatsindiwe na Inter Stars ibitsindo bibiri
kuri kimwe (2-1).
Kuri uyu w’Imana
igenekerezo rya 1 Ntwarante 2020, ku kibuga Intwari igihe c’isaha indwi n’iminota
mirongo itatu (13h 30), Vital’o yirahiye Les Lierres Fc mu kuyitsinda bitatu
kuri kimwe (3-1) mu gihe isaha cumi(16h) Buja city yatsinze Rukinzo Fc kimwe
k’ubusa(1-0). Aigle Noir yo mu ntara ya
Makamaba ku kibuga cayo yanganije na Ngozi City ibitsindo bibiri ku bindi (2-2). Ku kibuga Urukundo co mu ntara ya Ngozi, Messager Ngozi yanganije na Bumamuru Fc kimwe ku kindi (1-1). Umurwi
wa Musongati wasubiye gufata ikibanza ca mbere
Inyuma yo gutsinda Flambeau du
Centre, Messager Ngozi nayo ikanganya na Bumamuru, umurwi wa Musongati FC waciye
ufata ikibanza ca mbere ku rutonde ry’ihiganwa rya PrimuLigue ku manota 46 mu
gihe Messager Ngozi uza mu kibanza ca kabiri n’amanota 44. Itsinzi ya Vital’o nayo yaciye ituma uwo mugwi uduga mu
kibanza ca gatatu ku manota 39. Mwomenya  ko imigwi ya Aigle Noir na Messager Ngozi igifise
urukino rumwe rw’ikirarane.
Volley Ball: Ihiganwa ry’igikombe c’umukuru w’igihugu rigiye gutangura
Ishirahamwe
ry’umupira w’amaboko Volley Ball mu Burundi ryatunganije ku ncuro ya kabiri
ihiganwa ry’igikombe citiriwe Umukuru w’igihugu. Imirwi 13 niyo izohura muri
iryo higanwa mu matsinda ane. Inkino zizobera ku bibuga 2 gusa, i Gikungu mu
gisagara ca Bujumbura no mw’ikambi y’abasirikare i Gitega Nk’uko iryo
shirahamwe ribimenyesha, iryo higanwa rizohuza imirwi 13 ihurikiye mu matsinda
ane. Itsinda rya mbere ririmwo imirwi ya Rukinzo, Muzinga na Kirundo VB.
Itsinda rya kabiri ririmwo BUN, Busoni VB yo mu ntara ya Kirundo na Magarama VC
yo mu ntara ya Gitega. Itsinda rya gatatu ririmwo imirwi ya Bisoro yo mu ntara
ya Mwaro, Gacosmos, Nyabukumba na Etoile de Kiremba yo mu ntara ya Bururi nayo
itsinda rya nyuma ririmwo imirwi ya ASB, Gisanze yo mu ntara ya Bururi na
Rumonge VB. Inkino zo
gukurakuranamwo zizoba kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 29 Ruhuhuma 2020
isaha zitatu z’agatondo. Imirwi yo mw’itsinda rya mbere n’iryakabiri izokinira
ku kibuga co mw’ikambi y’abasirikare i Gitega nayo imirwi yo mw’itsinda rya
gatatu n’irya kane izokinira ku kibuga c’i Gikungu mu gisagara ca Bujumbura.
Umurwi uzocererwa iminota mirongo itatu ukaba uzoca uterwa impaga. La Fédération #Burundi-aise de #Volleyball organise dès samedi le 29 février 2020, la coupe du président, 2ème édition. 13 équipes seront en compétition pic.twitter.com/lpIOI5gq14 Ishirahamwe
rya Volley Ball rivuga ko inyuma y’inkino zo gukurakuranamwo hazosigara imirwi
2 mw’itsinda. Iyo mirwi niyo izoca ihura mu gice ca kabiri gishira ica nyuma. Urukino rwa
nyuma ruzoba kw’igenekerezo rya 1 Ntwarante mu ntumbero yo kuraba imirwi 2
yabaye iya mbere mu gisagara ca Bujumbura no mu ntara ya Gitega. Mwomenya ko urutonde rw’iryo higanwa ku ruhande rw’abigeme ko  ruzoshikirizwa inyuma y’uko imirwi izokwemeza ko izokwitaba iryo higanwa.
Ihiganwa ry’igikombe citiriwe « Ubumwe » ku ncuro ya kabiri rigiye gutangura
Fondation Pax Burundi igiye
gutunganywa igikombe citiriwe Ubumwe (Coupe de l’Unité)
ku ncuro ya kabiri. Iryo higanwa rizohuza imirwi 4 ku magenekerezo ya 1 na 2
Ruhuhuma 2020 mu ntara ya Gitega na Makamba. Uburyo bwose buzokenerwa buzotangwa
na Fondation Pax Burundi. Reveriano Ndikuriyo, umukuru
w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB) amenyesha ko ihiganwa ry’igikombe
citiriwe « Ubumwe » rizohuza imirwi ine yo mu cicaro ca mbere, ariyo Aigle
Noir isanzwe iri muri Fondation Pax Burundi hamwe n’imirwi itatu iri mu bibanza
bitatu vya mbere ku ndwi ya 19 mw’ihiganwa rya Primus Ligue.  Iyo nayo akaba ari Musongati Fc, Messager
Ngozi  na
Flambeau du Centre. Ndikuriyo avuga ko kw’igenekerezo
rya mbere Ruhuhuma 2020, umurwi wa  Musongati Fc uzokina na Messager Ngozi ku kibuga Ingoma co mu ntara ya Gitega, mu gihe kw’igenekerezo rya
kabiri Ruhuhuma umurwi wa Aigle Noir uzotana mu
mitwe na Flambeau du Centre ku kibuga Peace Park stadium mu ntara ya
Makamba. Imirwi izotsinda ikaba ariyo izohura mu rukino rwa nyuma. Reveriano Ndikuriyo
amenyesha ko urwo rukino rwa nyuma ruzobera mu ntara ya Gitega mu ntumbero yo
gukomeza umugwa mukuru wa Politike no guhimbaza umwaka urangiye iyo ntara ibaye
umugwa mukuru wa Politike. Uwurongoye ishirahamwe
ry’umupira w’amaguru mu Burundi avuga ko mu misi hagiye gushirwaho ihiganwa ry’igikombe
kizokwitirirwa Akazi  (Coupe du Travail). Iryo higanwa rikazohuza
imirwi y’abahungu batarashikana imyaka 17 hamwe n’imirwi y’abigeme
batarashikana imyaka 20. Mwomenya kandi ko Fondation
Pax Burundi isanzwe itanga uburyo bukoreshwa mw’ihiganwa ry’itiriwe incungu (Coupe
des Héros) rihuza imirwi y’umpira w’amaboko BasketBall.
Indwi ya 18 ya Primus Ligue: Ngozi City  ibandanya gutangaza iyindi mirwi
Inkino
z’indwi ya 18 za Primus Ligue zarabandanije ku magnekerezo ya 18, 19, 20 nzero
2020. Ku munsi wa gatandatu, igenekerezo rya
18 Nzero , Ngozi City  watsinze Atletico
Academy ibitsindo 2-1. Urwo rukino rukaba rwabereye ku kibuga Urukundo co mu
ntara ya Ngozi. Mu gihe igice ca mbere c’ihiganwa
carangiye umurwi wa Ngozi City  uri
mu kibanza ca nyuma, biboneka ko uwo murwi uriko urivyukiranya. Mu nkino 3 z’igice ca kabiri, Ngozi City  imaze gutsinda zibiri utsindwa urukino rumwe. Uko izindi nkino zagenze Kw’igenekerezo rya19 Nzero 2020, ku
kibuga Intwari, igihe c’isaha indwi n’inusu(13 h 30), Vital’o Fc yatsinze  Bumamuru Fc ibitsindo bibiri k’ubusa(2-0) mu
gihe isaha cumi (16h), Rukinzo Fc yatsinze  Inter Stars kimwe k’ubusa(1-0).
Mu ntara ya Ngozi, umurwi wa  Messager
Ngozi wanganije na Kayanza United   igitsindo
kimwe ku kindi(1-1) .
Ku kibuga Ingoma co mu ntara ya Gitega, Musongati
Fc wahatsindiwe na Olympic Star ibitsindo bibiri k’ubusa(2-0) . Kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 20, isaha indwi n’inusu(13h30) Buja City wanganije
na BS Dynamik  igitsindo kimwe ku kindi(1-1)
mu gihe isaha cumi (16h00) , Les Lierres yatsinzwe na Flambeau du Centre bibiri
kuri kimwe(2-1). Twobamenyesha
ko urukino rwari guhuza LLBS4 Africa  na
Aigle Noir rwungurujwe
ku rindi genekerezo kubera ko Aigle Noir iri gukina
muri Bangladesh mu gikombe ca Golden
Cup.
Basket-ball: N’aho batabaronse amahirwe yo kubandanya, barashimirwa ku kibanza batahukanye
Umurwi
Nserukiragihugu wa Basket-ball watahutse kuri uyo w’Imana igenekerezo rya
20  Nzero umwaka w’2020. Bakaba bari
bavuye kwitabira inkino zo gukurakuranamwo za AfroBasket umwaka wa 2021
zabereye i Nairobi muri Kenya kuva kw’igenekerezo rya 14 gushika 18 Nzero. Muri
izo nkino bakaba batsinze inkino 3,  batsindwa 2 Ku rukino rwa mbere rwabaye  kw’igenekerezo rya 15 nzero, Uburundi
bwatsinze Somaliya amanota 106 kuri 86, mu gihe kw’igenekerezo rya 16, mu
rukino rwa kabiri, Uburundi bwatsinzwe na Sudani y’epfo ku manota 100 kuri 59.
N’urukino rwa gatatu umurwi Nserukiragihugu ntiworohewe kubera watsinzwe na
Kenya amanota 101 kuri 59. Inkino 2 za nyuma, Uburundi bwazitsinze zose. Mu
gitondo co ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 17, Uburundi bwatsinze Tanzaniya
ku manota 79 kuri 53. Ku muhingama wo kuri uwo munsi nyene, Uburundi bwanyagiye
Eritrea mu kuyitsinda amanota  103 kuri
51. Abo bakinyi batashe bakiriwe n’abakunzi ba basket-ball
mu  kirabo co Muganuro Bar mu gisagara ca
Bujumbura muri karitiye Rohero.  Mw’ijambo
ryiwe, Sefu Sabushimike, umukuru w’ishirahamwe rya Basket-ball mu Burundi (FEBABU)
yavuze ko rwari urugamba rukomeye. Aha ni mu gihe Uburundi bwitabiriye izo
nkino ku munota wa nyuma. Aho bagiye buca izo nkino zitangura. Ivyo bikaba vyatumwe
n’uko Uburundi bwacerewe kwiyandikisha bivuye ku ngorane zifatiye k,uburongozi. Igihugu c’Uburundi categerezwa kuba cariyandikishije
imbere y’igenekerezo rya 15 kigarama 2019 ariko uwahoze atwara FEBABU, Augustin
Kararuza akaba atari yabikoze. Kwandikisha uwo murwi akaba ari co gikorwa ca
mbere  umurongozi mushasha wa FEBABU
yatanguriye ko ibikorwa vyiwe Sef Sabushimike arashimira umurwi utegura inkino
bafashanya mu kwitanga bagize kugira Uburundi buserukirwe muri izo nkino.”
Baramaze
indwi zibiri badasinzira”. Sabushimike ashimira kandi abakinyi ukungene bitanze
muri iryo higanwa. Aha ni mu gihe mu bakinyi 12 Uburundi bwemerewe gukinisha 9
gusa. Akavuga ko berekanye ubuhinga budasanzwe. Ashimira kandi abamenyereza ko bavyifashemwo rugabo mu
gihe bari bafise abakinyi badakwiye. Abandi
umukuru wa FEBABU ashimira n’abakunzi ba Basket-ball. Aha avuga ko muri
basket-ball hatozamwo ibintu vy’inzankano ahubwo ko bokomeza urukundo . « Dukomeze urukundo. Sport irahuza
abantu benshi.Umuntu akunda sport nta nzigo, nta shari atari ugushaka yuko
twoteza imbere urwaruka n’umupira wa basket muri rusangi ». Mu
gihe gushika n’ubu hataraba ku bisikanya hagati  y’umurongonzi mushasha n’uwahahora,  Alvin Ninziza, capitaine w’umurwi nserukiragihugu
asaba abo barongozi kurengera inyungu zabo bakumvako basket ari iya bose.
“Umwe wese aho ari yumveko basket-ball
ari iyabose”. Avuga ko uwo murwi nserukiragihugu woba inyishu y’ibabazo
biri uwo mukino. Twobamenyesha ko mu mirwi bwarimwo, Uburundi bwatahukanye ikibanza ca 3.
Abantu 2 barapfuye biturutse ku mishamirano  y’abanyamigambwe mu ndwi yambere y’imyiyamazo
Kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 05 Rusama 2020 ku murwa mukuru wa poritike i Gitega, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano yaratanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru co gushikiriza uko umutekano wagenze mundwi yambere yokwiyamamaza. Petero Nkurikiye amenyesha ko bivuye ku mishamirano hagati y’abanywanyi ba CNDD-FDD na CNL, abantu 2 barapfuye, 1 aranyuruzwa, 26 barakomereka Petero Nkurikiye avuga ko abo babiri bapfuye ari abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD.  Umwe yishwe kw’igenekerezo rya 3 Rusama murikomine Ntega mu ntara ya Kirundo mu ngwano zabaye hagati y’abanywanyi ba CNDD-FDD na CNL. Muri iyo mishamirano nyene abanywanyi 18 ba CNDD-FDD barakomeretse hamwe na 8 ba CNL. Uwundi munywanyi wa CNDD-FDD yishwe kw’igenekerezo rya 29 Ndamukiza mu ntara ya Rumonge ku mutumba makombe.  Ku ruhande rwa CNL, umuvugizi w’igipolisi ashikiriza ko umuntu 1 ariwe yanyurujwe n’abantu bataramenyekana muri komine Nyabihanga mu ntara ya Mwaro.Umuvugizi w’igipolisi  amenyesha ko abantu 64 bapfuzwe ku mvo z’amatohoza. Ashikiriza ko bamwe baramaze gushikirizwa ubutungane abandi amadosiye yabo ariko arakorwa. Hambavu y’imishamirano, umuvugizi w’igipolisi avuga ko hibonekeje kandi imvugo zo gutukana ngo zihamagarira abantu kurwana. Nkwirikiye avuga ko vyagizwe ahanini nuwurongoye umugambwe CNL. Avuga kandi ko n’abanywanyi biwe bamwebamwe bagira nkivyo nyene. Abagiriza ko bariko barategurira abantu kugumuka. Nk’uko yabishikirije kuri Radiyo Isanganiro, Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL akaba n’umukandida w’uwo mugambwe mu kibanza c’umukuru w’igihugu avuga ko atamuntu numwe yera. Ashikiriza ko yanka abahengama. « Ntamuntu numwe novuga ngo n’umumarayika.Nimba abantu batase ntihagire aho bahegamira .Duhora tubona aba OPJ bamwe bamwe ingene bavyifatamwo aho usanga mugukora amadosiye bahagarikirwa n’abarongoye imbonerakure canke abakuru b’umugambwe uri kubutegetsi ». Kubwa rwasa, imbonerakure canke inyankamugayo yohanirwa ikosa yakoze mugabo ngo « umuntu ntategwe hama abe ariwe apfungwa ». Atanga akarorero ko muntara ya Ngozi aho mwijoro ngo mw’ijoro ryo  kumusi w’Imana, igenekerezo rya 03 ndamukiza abanywanyi biwe batewe n’abanywanyi ba CNDDFDD barongowe n’umukuru w’ umugambwe  muri komine Kiremba mu ntara ya Ngozi. Avuga ko abanyagihugu bagerageje gutabara ngo barafatamwo 7 babashikiriza igipolisi ariko ko ngo ntaco babavugako. 2 barapfuye  biturutse kw’isanganya ry’imodokari Petero Nkurikiye avuga kandi ko mu ndwi yambere y’imyiyamamazo habaye kurenga  amategeko yo mw’ibarabara. Asigura ko imodokari zagiye ziratwara abantu benshi barenze igitigiri bagiye kwiyamamaza. Ikindi cibonekeje n’uko zagenda k’umuvuduko munini cane bigatera amasanganya. Amenyesha ko ku munsi wambere w’imyiyamamazo hapfuye abantu 2 bapfuye, 6 barakomereka biturutse kw’isanganya. Umuvugizi w’igipolisi asaba abarongoye imigambwe iriko iriyamamaza kwirinda imvugo zihamagarira abantu kurwana kuko ngo zitubaka kandi zibiba urwanko. Amenyesha ko atanakimwe kizokwijana ko bazokwirikiranwa n’ubutungane.
Amashirahamwe akora urudandazwa rw’amafaranga ku mbuga ngurukanabumenyi aragabishwa
Amashirahamwe akora urudandazwa rw’amafaranga ku buhinga ngurukanabumenyi yaragabishijwe kuko yiba abanyagihugu. Imigwi y’inkozi z’ikibi ingana 1482 yarasambuwe, amaritiro 324 000 y’inzoga zitemewe n’amategeko yarasheshwe, ibitenge vya magendo 1820 vyarafashwe, amasakasuzuma 610 yarakozwe mu gihugu cose hafatwa inkoho 90 n’ibisasu ntezwantoke 436. Ivyo vyashikirijwe na Alain Guillaume Bunyoni, Umushikiranganji w’umutekano kuri uyu wa 3 igenekerezo rya 15 Nzero aho yashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu gice ca mbere c’umwaka w’ikigega ca Reta wa 2019-2020 Umushikiranganji
w’umutekano aragabisha amashirahamwe yose akora urudandazwa rw’amafranga
rukorerwa ku buhinga ngurukanabumenyi, akora nka CROWD1, ko ariko akora
ubusuma. Agasaba abanyagihugu kugaba kuko amashirahamwe nkayo abujijwe mu
Burundi nk’uko ibanki nkuru y’igihugu BRB yabimenyesheje mu rwandiko yasohoye
kw’igenekerezo rya 26 Myandagaro 2019 rubuza urwo rudandazwa kuko ata banki
n’imwe yo kw’isi ivunja ayo mahera. Umushikiranganji w’umutekano
amenyeshako ibikorwa vy’ubwo bushikiranganji vyarangutse ku bice 100 kw’ijana
kuko vyose vyararangutse ndetse hari n’ivyo bongeyemwo. N’ayo amabi akaba yagabanutse
ku bice 38 n’ibice 7 kw’ijana, ibisasu ntezwantoke vyagabanutse ku bice 43
n’ibice 4 kw’ijana, inkoho ku bice 4 kw’ijana n’ibinyobwa bitemewe n’amategeko
ku bice 28 kw’ijana. Umushikiranganji
w’umutekano yamenyesheje ko muri ico gice basozereye umutekano wagenze neza,
n’aho hibonekeje ivyaha bisanzwe hamwe n’amasanganya. Haribonekeje kandi ibiza
bitandukanye vyanahitanye abantu nko mu ntara ya Cibitoke aho umusozi
wabomokeye ku bantu kubera imvura nyinshi. Ku myuzurira yabaye mu gisagara ca Bujumburu ku winterekwa, Bunyoni yamenyesheje ko abo bantu bahubatse hatabwirizwa kwubakwa kandi ko bari babizi. Ati: “Ku neza yabo boheza bagakinjura. Uko bahagiye ku gushaka kwabo bazohava ku gushaka kwabo kandi imbere yo kuhaza barafise aho bavuye. Uwutabaye i Bujumbura araba no mu zindi ntara”. Ku bijanye no kugwanya
ubukozi bw’ikibi, Umushikiranganji w’umutekano avuga hatunganijwe mu gihugu
cose amasakasuzuma 610. Hakaba hafashwe inkoho 90, ibisasu ntezwantoke 436,
amasasu atandukanye hamwe n’imyambaro ya gisirikare. Harasambuwe imigwi
y’inkozi z’ikibi 1482, hongera hafatwa abantu 3704 bikekwako ubugizi bwa nabi
n’abafatanywe itonga. Ubutungane bumaze gukora amadosiye 23 937, aho 22
300 yamaze gusozerwa ajanwa mu butungane, 1614 aracabandanya. Mu kugwanya
ibiyayuramutwe, avugako hasheshwe amaritiro 324 000 nayo ibikoresho bakoresha
birasamburwa. Ibiro 2 225 vy’urumogi hamwe n’udutu 6000 vyarafashwe. Abagirwa
n’icaha bakaba barashengejwe mu butungane. N’ayo mu rudandaza rwa
magendo, amenyeshako hafashwe ibitenge 1820 bica bishikirizwa ikigo kijejwe
gutoza amakori n’amatagisi. Mu bijanye n’ibikorwa
ubwo bushikiranganji busangiye n’ubundi bushikiranganji, Bunyoni amenyeshako mu
bijanye n’intwaro ibereye bakoze ibikorwa rusangi incuro zirenga 13, bwongera
butera amatuta y’ibiti arenga 30 mu ntumbero yo gukingira ibidukikije mu
mugambi “Ewe Burundi Urambaye”.
Umukenyezi yagirizwa kwiba umwana ari mu minwe y’inyamiramabi
Ubushikiranganji bw’umutekano bwarerekanye kuri uyu
wa mbere igenekerezo rya 13 Nzero 2020 umukenyezi yagirizwa kwiba uruyoya ruri
musi y’amezi atatu mu Kamenge. Uwo mukenyezi avuga ko imvo yatumye atwara uwo
mwana ngo yashaka guhenda umugabo babanye ko uwo mwana ari rwiwe hanyuma amuhe
ku matungo afise Uwo mukenyezi azwi
kw’izina rya Hakizimana Odette. Akaba yari yasavye indaro ku rugo rwa
Ntigirinzigo Tharcisse na Niyonkuru Jacqueline mw’ijoro ryo ku wa gatandatu
igenekerezo rya 4 Nzero 2020 aho basanzwe baba mu Mirango.  Nk’uko avyiyemerera, ngo yahengereye abo
bavyeyi basinziriye aca abakura hagati uwo mwana, aca amutwara mu Rumonge, aho
yanahavuye amushikana i Nyanza Lac. Imvo yatumye atwara uwo mwana ngo yashaka guhenda
umugabo babanye ko uwo mwana ari rwiwe hanyuma amuhe ku matungo afise.
Abavyeyi b’uwo
mwana bamaze kwikangura bakamubura baciye bitura abajejwe intwaro n’umutekano. Abo
nabo bakaba baciye batangiriza hose kugira uwo mukenyezi ashobore gufatwa. Amaze
kubona ko ibisaka vy’imbwa vyahiye, yaciye agarukana uwo mwana, amutwara mu
rundi rugo hafi yaho yamwivye amusigaho. Hakaba hari kw’igenekerezo rya 10
Nzero 2020, nk’uko bishikirizwa n’umuvugizi w’Ubushikiranganji bw’umutekano, Nkurikiye
Petero, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru.  Abavyeyi b’uwo
mwana barakengurukira abajejwe intwaro n’umutekano kuri ico gikorwa bakoze. Ubushikiranganji
bw’umutekano bukaba busaba abanyagihugu bose kwandikisha ingenzi ku bajejwe
intwaro no kumenyesha canke kwitura abajejwe umutekano mu gihe cose bahuye
n’ingorane nk’izo, hako babitangaza ku buhinga ngurukanabumenyi
Gatumba: Imiryango irenga 6 000 yahuye n’imyuzure y’uruzi Rusizi isaba gufashwa mu maguru masha
Inyuma y’iduga ry’amazi y’ikiyaga Tanganyika n’imyuzurira y’uruzi Rusizi bisendanishirije mu mazu yo ku mitumba imwe imwe ya zone Gatumba, komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura, umurwi w’abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Ejoheza news baragendeye kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 03 Rusama umwaka w’ 2020 imitumba ya Mushasha ya mbere ,  Mushasha ya kabiri hamwe na Muyange ya mbere na Muyange ya kabiri. Basanze iyo myuzurira  yatumye  imiryango irenga 6 000 yarataye izabo ubu bakaba bari mu kangaratete. Aho yegeranirijwe vy’imfatakibanza muri site ya  Kigaramango ibayeho nabi igasaba  abagiraneza  kuyigarukirako  mu maguru masha Nubwo igitigiri nyezina c’ibimaze kwononekara kubera iyo myuzurira kitaramenyekana si agaseseshwarumuri ko ari vyinshi kuko k’umwanya k’umwanya iyo myuzurira ibandanya kwihagira ibindi bibanza  nk’uko abamenyeshamakuru bavyiboneye  aho  bagendera iyo mitumba isanzwe iri mu kiyaya c’imbo. Ku mutumba Mushasha ya kabiri, nk’uko twavyiganiwe na Harakandi Emanweri, umwe mu ndongozi yavuze ko iyo myuzurira  yatanguye kwibonekeza inyuma yaho  amazi y’ikiyaga Tanganyika adugiye ugereranije naho yahora agera mu mezi abiri aheze akisuka mu kidengeri cororerwamwo matomato. Iduga rero ry’ayo mazi  ryatumye ico kidengeri   kirengerwa naco gica gisendanishiriza mu mazu yo ku mitumba ya Mushasha mbere, Mushasha ya kbiri  n’igice ca Gaharawe . Nkuko Harakandi abandanya abimenyesha, amazu atari make yo kuri uwo mutumba akaba yarabomaguritse, ayandi  abayabamwo barayata barahunga bakaba basembereye mu babanyi babo aho amazi atarashika. Naho  biri uko, abo basembereye barara ntibuca bibaza nabo naho basembereye hashobora guterwa n’amazi akabahitana cank agahitana ivyabo nk’uko bivurwa na Nkurikiye Shantari, umukenyezi w’imvyaro zine twasanze  kuri uyo musozi. Uwo mukenyezi avuga ko ari mu buzima bubi, yugarijwe n’ubukene atagira ico yiha n’ico aha umuryango. «  Nta kintu na kimwe twarokoye mu nzu. Imirima yaratwawe. Abana ntidufise ico tubagaburira. Imfashanyo batuzaniye ntizahawe abari bazikwiriye. Habaye akamwana wa mama na mpinga yanje mw’itangwa ryazo. Dusabako abagiraneza batugarukirako bimwe biboneka kandi ikimenyane kikavaho kuko tugowe twese ». Barasaba kugarukirwako Kuri uwo mutumba, hari ibibanza bimwe bimwe bigoye gushikamwo. Ngo iyo atagapfuye ntagakira,  kugira umuntu ashike muri ivyo bibanza abanza kuriha ubwabo butobuto bukozwe mu biti bukarihwa amafaranga y’amarundi ari hagati y’ibihumbi 2000 na 5000.Ikindi gihanze iyo mirangi ibuze Shinge na Rugero ni imyanda iva  mu tuzu twa surwumwe, usanga iyerera muri iyo myuzurira abato n’abakuze bakayikandagira mu kuroba amafi yo muri  iyo myuzurira. Kubera ubwoba bafise ko bashobora guterwa n’indwara ziturutse kw’isuku rike, Harakandi agasaba ababijejwe gupompa imiti yica imigera kugira ngo bazitire bataronerwa. Ibintu bimeze uko no Ku mutumba Muyange wo muri iyo zone nyene yamara itandukaniro nuko imyizurira yavuye ku ruzi Rusizi mu gihe ku mitumba twavuze aho hejuru yaturutse ku mazi y’ikiyaga Tanganyika. Naho hakaba hari ibitari bike bimaze kwononekara nk’imirima, amazu, amashengero, amavuriro, amashure hamwe n’ibindi bitari bike.  Niyonzima Goderiva, umukenyezi twasanze mu rugo iwe,amashi ku matama, bibonekako yari mu mwihebura ntangere, hirya no hino yaho yicaye ari ibidengeri vy’amazi yatwiganiye uko vyagenze « mw’ijoro ryo kuwa 30 Ndamukiza 2020 rishira uwa 01 Rusama bagiye tagiye twumva ababanyi bacu bakoma akaruru. Gutyo tuva mu gatiro twarimwo. Dusohotse kuraba ivyo ari vyo twasanze amazi y’abateye mu rupango  iwabo » Avuga ko naho biri uko, we na musazawe bagumye aho yamara bahungishiriza abana mu gisagara ca Bujumbura aho bagiye kubasabira indaro batinyako inzu ihava ibabomokerako. Akavuga ko imirima yononekaye cane ku buryo bafise ubwoba  ko inzara ishobora  kubatera mu minsi iri mbere hamwe batoronka ababagarukirako ngo babahe infashanyo. Agasaba ababishoboye bose kubagarukira. Umuti kuri iyo myuzure woba uwuhe? Harakandi Emanweri, umwe mu barongoye umutumba wa Mushasha ya kabiri yavuze ko icokorwa kugira ngo uruzi Rusizi rwoye kubandanya rutera imihana ko ari gushira mu ngiro umugambi wa Reta wo kwimba amadigi abiri. Rimwe hirya y’uruzi Rusizi. Irindi hino. Gutyo ngo  ivyo vyofasha urwo ruzi rukareka gusendanishiriza mu mazu ari muri Gatumba. Uwo ari mu barongoye imitumba avuga kandi ko gusibura urwo ruzi ko navyo vyosahiriza mu kugabanya inguvu zayo mazi yisuka mu mihana kuko ngo kera vyarakorwa. Kubijanye n’indimiro zononekaye asaba Reta, abasanzwe bafasha Reta n’abandi babishoboye kubagarukirako kuko ataco biteze kuzorokora muri iyo mirima. Ubuzima muri site y’i kigaramango Kigaramango ni  ahegeranirijwe bamwe mu bakozweko n’imyuzurira yateye imwe mu mitumba ya zone Gatumba. Ico kibanza rero kiri hagati y’ikiraro c’uruzi Rusizi  na Kajaga yo muri zone Rukaramu, amazone yose uko ari zibiri ni ayo muri komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura. Muri ico kibanza cegeranirijwemwo imiryango irenga 4000 nk’uko  Nduwayo Medari umwe mu bahegeranirijwe abivuga. Iyo miryango ikaba iri mu buzima bubi  kuko myinshi itagira aho ikika umusaya, ivyo gufungura, amazi yokunywa eka n’ico biyoronsa. Basaba kugarukirwako mu maguru masha kuko ivyo baheruka kuzanirwa na bamwe mu bajejwe intwaro bitamaze kabiri kandi bikaba vyari vyaronse bake kuko bitari kubakwira bose. Bagasaba ko ivyoboneka vyose vyotangwa bataravye nkunzi canke umugambwe umuntu avamwo. Abegeranirijwe muri ico kibanza bakaba bafise kandi ikibazo co kubura amazi meza yo kunywa hamwe n’ic’utuzu twasurwumwe.  Bakavuga ko ubuzima bwabo buri mu kaga kuko umwanya n’umwanya batinya ko boshobora kwandura indwara ziva kw’isuku rike. Basaba amashirahamwe, Reta n’abandi bagiraneza kubaronsa  amazi n’utuzu twasurwumwe gutyo barengere amagara yabo n’ay’ibibondo vyabo. Mwomenya ko hari hatanguye kwimbwa utwo tuzu twasurwumwe nyuma turahagarikwa kuko bivugwako bagiye kwimurirwa ahandi. Bamwe muri abo bakaba bari bamaze gushikanwa muri ico kindi kibanza kiri mu ntara ya  Bubanza.
Amazi y’ikiyaga Tanganyika ariko agerageza gusubira aho yahoze
Ikiringo kiriko kirababa amezi abiri ikiyaga Tanganyika kidasiba kuduga aho cahora kera. Ku musi wa gatatu igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2020, abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Ejoheza News baragendeye ibibanza bimwebimwe vyatewe n’amazi y’ikiyaga Tanganyika. Aho twovuga nk’aho bita  Lacosta Beach, Saga Vodo, Zion Beach, Safi Beach, n’ahandi. Amazi yaraduze gushika nko ku metero zirenga 300. Ivyo bibanza vyose ntawushobora kubishikamwo kiretse ikibanza co kuri Safi Beach gishobora gushikwamwo n’abantu Ibibanza nka vyose vyo kwinezererezamwo n’ubutambiro vyahora biri ku nkengera y’ikiyaga Tanganyika ntivyoroshe gushikamwo yaba ari abagenda n’amaguru canke abiyunguruza n’imodoka canke ipikipiki kuko ahari ivyo bibanza huzuye amazi ya Tanganyika. Amabarabara yajayo yuzuye nayonyene amazi. Nko kuri Lacosta Beach amabarabara yose yinjirayo yuzuye amazi. Hafi y’ico kibanza hariho inzu yubatswe ku buhinga bwa none idashobora guterwa n’ayo mazi kuko ifise umushinge muremure ugizwe n’ingazi zitarinke. Biboneka ko nyeneyo yari yabonye ko amazi ashobora kuzobatera kuko niyo nyubakwa yonyene itashoboye guterwa n’amazi mu ziri aho hantu. N’ubwo biruko, hari abahatorera akoyoko mukuharobera amafi, abandi nabo basigaye bahata ubucafu bwo mu gikoni. Abandi nabo babandanya bubaka aho amazi atarashika. Amazi yaravogerewe                                     Abana b’abanyeshure bari mu buruhuko bahora bahakinira baratuyagira uko vyatanguye. Ati: “Haraciye amezi abiri tubonye amazi atanguye kuduga. Twahora dukinira ng’aha ubona huzuye amazi, hari umusenyi gusa twahora dukinirako”. Umwe muri bo ati:” Papa ahora ambwira ko kera aha hari amazi, ku kiyaga ata mazu yariho ko hari amazi gusa kuduga gushika kw’isoko yo mu Kinindo. Ku bwiwe abona ko aho hantu hatari aho kubakwa akongerako ko abatanze amatongo bagize nabi. Ati :”Habaye kuvogera amazi nico gituma ubona ariko yisubiza agateka”. Uwo munyeshure akavuga ko habaye uruhombo rudasanzwe kubari bahafise imirimo baharangurira ugereranije n’abantu bahora bahagendera. Yongerako ko afise ubwoba bw’imiryango ikiba muri ayo mazu kuko hariho abo mugusohoka babanza kuzinga amapantaro. Aho bita kuri Saga Vodo (batazira kwa Ntembagare) hoho ibintu ntivyoroshe kuko ahahora ubunywero harazimanganye, amazu ahegereye yararengewe n’amazi, amabarabara ajayo yuzuye amazi kandi uhasanga abana bariko bariyoga abandi birobera amafi. Inzu nziza iri hafi yaho isigayemwo abantu mukwinjira imodoka ica mu mazi menshi kuko abagenda n’amaguru bitokunda ko binjira. Abo twahasanze batumenyeshejeko haciye amazi 2 ubwo bunywero bwugaye kandi ko abantu baba mu mazu ahegereye bayahunze. Ibintu bikaba bimeze uko no kuri Zion beach aho ibarabara rica imbere y’aho ryuzuye amazi bikaba bitoroshe gushikira amazu amwamwe ahegereye. Aho twovuga nk’inyubakwa (irimwo ubunywero n’uburiro n’aho kwinonorera imitsi) yitwa Link Center. Imbere y’iyo nyubakwa huzuye amazi menshi, ukabonako ata muntu yoba akija kuhateramira kuko ari mu mazi. Umwe mubacungera inyubakwa Zion beach yatumenyesheje ko muri iyo nyubakwa mu karima k’amashurwe kari imbere yayo hari akuma kaguma gakwega amazi kugira iyo nyubakwa ntishikirwe. Abamenyeshamakuru ba Ejoheza News bavuye aho baciye bagenda kuri Safi beach aho nahonyene ibintu bitoroshe. Muri ico kibanza co kwinezererezamwo no kwivuniramwo akanyota, amazi yaraduze bituma ikibuga c’umupira w’amaguru wo ku musenyi bita ”Soccer beach” wugarwa, ibiteramo vyahora bihabera birahagarara, ibirori vy’ubugeni vyahabera navyo nyene birashikirwa, ikibanza abana bahora bidagaduriramwo naco nyene ntikigikora. Muri make abahagendera baragabanutse kuko ibibanza bimwebimwe vyatwawe n’amazi. Omar batazira Papy asanzwe ahakorera avuga ko ingaruka mbi ziva kuri iryo duga ry’amazi ari nyinshi. Ati: “Imicafu yose iva mu mazu, amazi ayisendaniriza ng’aha kandi n’abantu batugendera baragabanutse. Uruhombo ni runini cane, kuko ku musi nkoresha ibihumbi birenga mirongo itanu (50 000 FBu) vyo gukura imicafu yazanywe n’amazi”. We abona ko iduga ry’amazi ya Tanganyika ryoba ryatumwe n’imvura yaguye ari nyinshi muri ibi bihugu vyo mu karere. Abantu bamwebamwe bakaba bibaza inkomoko y’iryo duga ry’amazi ya Tanganyika bakayibura na rirya ata mvura iherutse kugwa ari nyinshi muri iyi misi. Bamwe bati: “ Imvura igwa ari nyinshi mu bindi bihugu dusangiye iki kiyaga bituma cuzura. Abandi bati: “ Ni imvura igwa mu misozi ituma inzuzi zisuka muri ico kiyaga zuzura “. Hari n’abavuga ko hoba hari urugomero rwo mu gihugu ca Zambiya rwoba rwugaye kugira rusubirwemwo mu gihe rwahora rukoresha amazi atari make ya Tanganyika. Mwomenyako atari irya mbere amazi y’ikiyaga Tanganyka aduga nk’uko abakurambere babivuga. Ngo  mu myaka ya 1964 amazi yaraduze gushika mu nyubakwa z’iradiyo nkuru y’igihugu. Imyuzurira ikaba yateye muma karitiye ya Kabondo, aziyatike na kibenga.
Amabarabara yo muri zone Rukaramu arabangamiwe n’ibidengeri vy’amazi
Muri zone Rukaramu yo muri Komine
Mutimbuzi intara ya Bujumbura harangwa ikibazo c’amabarabara atameze neza aho
menshi ata bantu bakiyacamwo kubera amazi menshi aretse muri yo. Akarorero ka
hafi ni ibarabara rija kuri zone Rukaramu uciye aho bita kwa «Serges» aho amazi
yuzuye mw’ibarabara no mu kigo c’ishure rya Kinyinya ya 2 bigatuma uruja
n’uruza rutagenda neza Kuva imvura
itasuye, ugushika aho bita « kwa Serges » winjiye mw’ibarabara rija
kuri zone Rukaramu wakirwa n’ibinogo vyuzuyemwo amazi biri mw’ibarabara aho
iruhande yaho hari ubunywero n’aho bokereza inyama. Umanutse gato wakirwa n’urudengeri
rw’amazi iruhande y’ishure. Aho amazi yakwiye hafi mu buringanire bwose bw’iyoshure.
Ibirasi bikikujwe n’urudengeri rw’amazi aho mu kuja mw’igorofa uvuye mu mashure
yo hirya udondagira ku mifuko y’umusenyi batondetse muri ico gitanga c’amazi. Umanutse
hepfo gato ugana ku mutumba wa Kinyinya ya 2 ibarabara ntirirengana kubera
ikidengeri c’amazi kinini kihari wobeshera ikiyaga cahadutse. Biragaragara ko
ata gikozwe mu misi mike amazu azotangura kubomagurika ayandi anyikire mu
kuzimu. Ivyo biri uko mu gihe ibarabara rigabura Kajaga na Kinyinya uvuye ku
kibuga c’indege harangwamwo ibinogo bitari bike vyuzuye amazi aza yaratanguye
kunuka. N’ayo mu kibanza bita ku nzoka wokwibaza ko ari ikiyaga cahagarutse.  Abanyagihugu
bo muri ako gace baridoga ko amazu yabo azohava abomoko kubera ayo mazi
adatemba kandi ahamaze igihe kinini. Abo banyagihugu bavuga ko batewe
impungenge n’amagara y’abanyeshure bo kuri iryo shure kuko bazohava bahandurira
ingwara ziturutse kw’isuku rike. Nibigira
Rehonidasi arongoye zone Rukaramu asigura ko abatunganije iyubakwa ryo mu
Kajaga bibagiye gushiraho imiserege izotwara amazi ava ku nyubakwa. We asigura
ko mu gihe ayo mazi atagira iyo atembera bitoroshe kuyagwanya kuko aca aterana
y’ayava mu kuzimu bigatuma agwira. Nibigira amenyesha
ko kuva mu mwaka wa 1932 gushika 1953 Kajaga yose yari urudengeri rw’amazi ava
mu kiyaga Tanganyika vyongerako ko ari  isi y’umusenyi aho ngo kuri santimetero nka 50
uba wamaze gushikira amazi. Iyo amazi y’imvura yiretse ahantu amazi yo mu kuzimu
aca yiburuka bigatuma  adashobora gukama
naho bokoresha ubuhinga bwo kuyavoma n’imipira.  Uwurongoye zone Rukaramu  avuga ko ico kibazo bakimenyesheje muri komine kandi ko komine yarungitse umuhinga aza kuhapima. We avuga ko ico kibazo kirengeye ubushobozi bwiwe asaba ababishoboye kugira ico baterereye kugira amazu n’igorofa y’ishure shingiro ya Kinyinya ya 2 ntibisenyuke. Mwomenya ko
zone Rukaramu ari zone yubatswemwo amazu atari make yo mu buhinga bugezweho
ariko ko amabarabara yaho ata na rimwe rifise ikanevo bigatuma amazi yose
yimvura aherera yireka mu bibanza bitandukanye yabuze aho atembera.
Ingona zibiri zahora zitungiwe mu Rumonge  zasubijwe mu ruzi Rusizi
Kuri uyu wa
mbere igenekerezo rya 24 Ruhuhuma, ikigo co mu bushikiranganji bw’ibidukikije
kijejwe gukingira ibidukikije OBPE casubije mu ruzi Rusizi ingona zibiri,
ingabo n’ingore zari zimaze imyaka yababa mirongo ibiri zitunzwe n’umuntu wo
muri komine n’intara ya Rumonge bidaciye mu mategeko.  Hatungimana
Berikimasi arongoye ico kigo amenyesha ko izo ngona zatorotse aho ziba zihereza
imihana maze zishaka gukomeretsa abantu. Uwarazitunze akaba yaciye yitura
abajejwe intwaro baca babimenyesha mu bushikiranganji bujejwe ibidukikije.
Amenyesha ko ubwo bushikiranganji bwaciye buja kuzitora buzitwara mu nyubakwa
ziri mw’ishamba cimeza rya Rusizi kugira zizosubizwe mu ruzi Rusizi aho
zizogira ubuzima bwiza kurusha aho zahora. Avugako izo ngona zari zihamaze
imisi ine. Umuyobozi
w’ico kigo amenyesha ko izo ngona zagaburirwa nabi kuko zafungura inyama
z’impene n’inka gusa mu gihe zo nyene zihigira ibikoko zirya. Avuga ko hari abantu
bamwebamwe batunga ivyo bikoko kugira bazoze bararonka ingenzi ziza kubiraba
maze baronke amafaranga. Uwo muyobozi avuga ko ivyo bitemewe n’amategeko.
Hatungimana avuga ko amasezerano mpuzamakungu ajejwe gukingira ibikoko
biriko birahona « CITES » Uburundi bwateyeko umukono abuza abantu
gutunga ingona, impongo, ingwe, imvubu n’ibindi bikoko bininibinini. Amenyesha
ko izo ngona bazisize ibara ritukura ku mugongo kugira bazoguma bazikurikirana
aho zizoba zigeze hose bazoshobore kuzitandukanya n’izindi. Umuyobozi
w’ikigo OBPE avugako ico kigo cimirije kubandanya ico gikorwa kuko hari umuntu
wo muri zone Gatumba, komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura atunze ingona
zirenga mirongo umunani atabifitiye uburenganzira. Ashikiriza ko izo ngona
zibwirizwa kuba mu nzuzi canke mu biyaga nk’izindi. Mwomenya ko
mu ntumbero yo gukingira ibudukikije ubushikiranganji bubijejwe bufise integuro
yo kurondera no kugwiza ibikoko vyahora mu Burundi bitakihari canke hasigaye
bike. Hatungimana avugako uwo mugambi usaba uburyo bwinshi kuko ibikoko
bimwebimwe vyokurwa mu bindi bihugu.
Ubushikiranganji bw’ibidukikije burabeshuza amakuru avuga ko mu Burundi hateye inzige
Mu kiganiro
ku bamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 8 Ruhuhuma, Ubushikiranganji
bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi burabeshuza amakuru amaze imisi aca ku
mbuga ngurukanabumenyi avuga ko mu Burundi hoba hateye ubwoko bw’ibihori birya
ibiterwa. Yohani
Korode Mbarushimana, umuyobozi mukuru mu gisata c’uburimyi amenyesha ko mu
kiyaya c’imbo hakunze kwibonekeza ibihori vyitwa Yohoro canke Ibisimbankenyeye
canke Ibidogeza bivanye n’intara. Ivyo bihori ubisanga canecane ku biti vyo
mw’ishamba vyitwa ibibonobono, ibivurahinda n’ibindi. Ivyo bihori biribonekeza
rimwerimwe mu mirima, nk’uko vyibonekeje muri komine Kabezi ku mutumba wa
Gakungwe. Mbarushimana
avuga ko ubushikiranganji bw’ibidukikije bumaze kuronka ayo makuru bwaciye
burungika abahinga bo mu nzego zitandukanye zikukira ubwo bushikiranganji
bishikira ku rubuga kuraba. Abo bahinga bakaba basanze atari inzige zateye
ahubwo ari ibihori binuka bifise amabara menshi agizwe n’umuhondo, urwatsi
rubisi, iritukura n’iryirabura. Ubushikiranganji
bw’ibidukikije bukaba bubeshuje amakuru yose avuga ko mu Burundi hamaze gutera inzige
nk’iziri mu bihugu vya Kenya, Etiyopiya, Eritereya, Sudani y’epfo n’ahandi. Mu
ntumbero yo kugwanya ivyo bisimbankenyeye, ubushikiranganji busavye
abanyagihugu kubitora n’iminwe bagaca babiturira canke bakabihamba mu kinogo
c’imetero imwe kuri imwe. Ubwo bushikiranganji busaba abantu kudafungura ivyo
bihori kuko biranuka kandi ntibiribwa. Mwomenya ko
mu ntumbero yo kwitegurira neza irima ry’impeshi umwaka wa 2020 abarimyi
bazotangura kuriha amafaranga yo kugombora amase kuva kw’igenekerezo rya 12
Ruhuhuma gushika kw’igenekerezo rya 27 Ntwarante 2020. Bukaba busaba abajejwe
intwaro n’abayobozi bajejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi mu ntara ko
bofasha mu gukurikirana itangwa ry’umwavu kugira iki gice c’irima kizogende
neza.
Ubushikiranganji bw’ibidukikije bwarategekanije ubuhinga bwo kugwanya ikiza c’inzige
Kw’igenekerezo
rya 4 Nzero 2020, Ubushikiranganji bw’ibidukikije, Uburimyi n’Ubworozi bwaratunganije
ikiganiro ku bamenyeshamakuru ku bijanye n’uburyo bwo kwikingira no kugwanya
inzige zimaze kwibonekeza mu bihugu vyo mu karere. Umushikiranganji abona ko hamwe
zotera mu Burundi bozigwanya bakoresheje ubuhinga bakoresheje kera mu kuzitora
n’iminwe Déo Guide Rurema,
Umushikiranganji w’ibidukikije amenyesha ko inzige zatanguye kwibonekeza mu
bihugu bitandukanye vyo kw’isi kuva mu mwaka w’1915. Kuva ico gihe, Uburundi
bumaze guterwa n’inzige incuro 2, ku ntwaro ya Cami ku mwami Mwezi Gisabo no mu
mwaka w’1986 aho abarundi bazigwanije bakoresheje kuzitora n’iminwe
bakazifungura. Ingingo
zafashwe          Mu
kwitegurira kuzigwanya ubu, uwo mushikiranganji avugako hariko harategurwa
umurwi ugizezwe n’abakozi bakurubakuru muri ubwo bushikiranganji n’amashirahamwe
akorera mu gisata c’uburimyi nka FIDA, FAO N’ibanki y’isi yose. Uwo murwi ni wo
uzohagarikira ibikorwa vyo gukinga. Hazoshingwa kandi umurwi w’abahinga bajejwe
gucungera no gutangiriza hakiri kare. Gushiraho integuro yo gukinga ico kiza
ntigishike mu Burundi giturumbuka. Gutunganya ingendo zo guhanahana ivyiyumviro
mu bihugu bimaze guterwa n’izo nzige. Gushiraho ubuhinga bwo gutumatumanako
amakuru mu gutangiriza hakiri kare iyo hari ikiza giteye mu gihugu. Guhimiriza
abanyagihugu  kuzigwanya hakoreshejwe igiterwa
“Neem” gifasha kugwanya ingwara z’ibiterwa hamwe no gushiraho ibigo vy’ubushakashatsi
no guteza imbere ibikoresho vyo kuzigwanya. Mu gihe izo nzige zoba
zateye mu gihugu, uwo mushikiranganji amenyasha abanyagihugu ko bozigwanya
bakoresheje ubuhinga bakoresheje kera mu kuzitora n’iminwe canke bagakoresha
imiti y’ibiterwa ihinguye. Ariko ku kijanye n’iyo miti, Umushikiranganji Rurema
avugako atari bwo buryo Ubushikiranganji bwoshira imbere kuko bisaba gupompa ahantu
hanini hakoreshejwe indege. Aho naho abona ko ubuzima bw’abantu  n’ubw’ibikoko
bwotosekara ndetse n’ibidukikije nk’amazi n’ikirere bikononekara. Hakoreshajwe
kandi iyo miti inyoni n’abantu bozirya boshobora kumererwa nabi kuko zoba
zirimwo ubumara. Umushikiranganji Rurema
avuga ko ubushikiranganji arongoye bwamaze gufata ingingo zose zishoboka mu
gukurikirana ico kiza kandi ko buzokwamana n’abarimyi mu kubashigikira biciye mu
mugambi wo kwegera abanyagihugu mu kubaha inyigisho n’impanuro mu gisata c’uburimyi
n’ubworozi. Ahamagarira kandi abarimyi kuguma ku kivi bitegurire neza irima ry’impeshi
kugira umwimbu ugume wongerekana ku rugero rushimishije. Mwomenya ko izo nzige
zitwa “Schistocerca gregaria” zatanguye kwibonekeza muri Afirika mu
bihugu vya Kenya, Etiyopiya, Sudani y’epfo, Eritereya na Somaliya mu mpera z’umwaka
wa 2019. Muri Kenya zikaba zimaze gutera uburere bushika cumi mu kwezi kumwe.
CEPRODILIC rigiye kwegeraniriza mu kibanza kimwe amashashe n’amacupa akozwe mu bumwanya ari mu gihugu cose
Mu
gihe hasigaye ikiringo kiri musi y’indwi 2 ngo ingingo ibuza ikoreshwa ry’amashashe
n’amacupa akozwe mu bumwanya ije mu ngiro, ishirahamwe  CEPRODILIC rimenyesha ko rirajwe ishinga
n’umurindi munini w’amashashe n’amacupa akozwe mu bumwanya ucibonekeza mu
gihugu. Mu ntumbero yo gukingira ibidukikije, iryo shirahamwe ririko ririgisha
abantu kwegeraniriza  kubiri imicafu
ibora n’iyitabora  Irumva Manweri, Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe
CEPRODILIC mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya
24 Nzero 2020 avugako iryo shirahamwe ribicishije ku rwaruka mu gutanga akazi
rigiye kwegeraniriza mu kibanza kimwe amashashe n’amacupa akozwe mu bumwanya yibonekeza
mu gihugu cose. Irumva amenyeshako
amashashe acibonekeza ku murindi munini ku masoko ndetse no mu bubiko bwayo.
Avugako “CEPRODILIC” mu mugambi wayo wo gukingira ibidukikije “ADEPE” yafashe
inomero ya mbere ibicishije ku rwaruka mu gutangura kwegeranya ayo amashashe mu
ntumbero yo kuyashira mu kibanza kimwe no kuyahinguramwo ibindi bintu vyogirira
akamaro Abarundi. Muri ivyo bikorwa, iryo shirahamwe rikaba ririko rirakorana
n’abahinga batandukanye kandi ko ata ngaruka mbi zizoba ku magara y’abantu. Umuyobozi mukuru w’iryo
shirahamwe amenyeshako ishashe iri mu micafu ituma isi itituka kandi ko iyo
bayituriye umwotsi wayo ugira ingaruka mbi ku magara y’abantu. Ahamagarira ingo zose kugerageza
gutandukanya imicafu ibora n’iyitabora kugira ntibagume bayirunda hamwe.
Amashirahamwe atora iyo micafu ayasaba kuyivangura kugira itabwe mu bibanza
bitandukanye kuko imicafu imwe ivamwo ifumbire ikoreshwa mu gutabira isi. Amasengero
atandukanye yofasha  guhimiriza Irumva asaba abajejwe
intwaro n’abarongoye amasengero atandukanye kubandanya bahimiriza abo barongoye
kwitegurira gusezerera ikoreshwa ry’amashashe kuko igenekerezo rya 8 Ruhuhuma
ari umusi ntabanduka wo gushira mu ngiro iyo ngingo. Ati: “Nk’uko ihimirizwa biciye ku vyapa rikorwa ku ndwara z’ivyaduka nka
Ebola nikube ariko bamanika ku masoko, ku mavuriro, ku mashure no ku masengero
ivyapa vyerekana ibuzwa ry’ikoreshwa ry’amashashe n’amacupa akozwe mu bumwanya”. Irumva avuga ko basavye
Reta n’ikigo OPDE ikibanza bosukamwo imicafu izova mu gihugu cose. Asaba kandi
abajejwe intwaro ko imisi ya 6 isigaye imbere yo gushira mu ngiro iyo ngingo yoharirwa
kwegeranya amashashe n’ayo macupa kugira umuntu wese akore aho aherereye. Mwomenya ko iyo ngingo
yateweko umukono n’Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kuva kw’igenekerezo rya
8 Ruhuhuma 2018 ikazorangira ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 8 Ruhuhuma
2020.
Igisagara ca Bujumbura kibangamiwe ahanini n’inkukura iva mu misozi yo mu ntara ya Bujumbura
Kuri
uyu wa 2 igenekerezo rya 21 Nzero, ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura
bufadikanije n’intara ya Bujumbura bwaratunganije inama ku bajejwe intwaro
batowe ku mitumba yo muri izo ntara zibiri zihana imbibe mu ntumbero yo
kurabira hamwe ibijanye no gukingira ibidukikije na canecane mu kurwanya
inkukura iva mu misozi ihanamiye igisagara ca Bujumbura. Ivyo navyo bigatuma
hatera imyuzurira, igahitana abantu n’ibintu mu gisagra ca Bujumbura Nkurikiye Ramazani,
Umuhanuzi mukuru w’umukuru w’igisagara ca Bujumbura amenyeshako ikiyaya c’imbo
kibangamiwe ahanini n’amazi ava mu makomine ya Isare, Mubimbi na Kabezi. Ivyo
bikava ku nyubakwa ziriko zirubakwa zitagira aho zegeraniriza amazi, imiserege
yasivye kubera imicafu nk’amacupa akozwe mu bumwanya batayo bigatuma imigende
y’amazi iziba, amabarabara atagira imiserege hamwe n’iyubakwa ry’amazu
hadakurikijwe amategeko. Musitanteri wa komine
Isare amenyeshako imvo zituma amazi ava ku misozi agwira cane iyo imvura iguye
zitandukanye. We abonako ibihe igihugu caciyemwo, imikobeko yo ku misozi
itandukanye yasivye, igwirirana ry’abantu hamwe n’ibibanza vyinshi bikurwamwo
urucekeri ntibikingirwe ari zo ntambamyi nyamukuru zituma amazi  ava mu misozi amanukana umurindi munini.
Agasaba nyabuna ko ivyo bibanza vyokingirwa hagaterwa ibiti, nayo imikobeko
igasiburwa.  Aha akibutsa ko Inama nkuru
y’umutekano yari yatanze itegeko ko abanyeshure bari mu buruhuko bofasha mu
gutera ibiti mu gukingira ibidukikije mu mugambi “Ewe Burundi Urambaye”.   Ku bubaka mu gisagara ca Bujumbura abavunira
akagohe ko imigambi batunganya boyikora bibuka ko na ruguru inzu ziriko
ziragwira ku bwinshi. Umuhanuzi mukuru wa
Buramatari w’intara ya Bujumbura avuga ko muri iyo ntara imisi ya 4 na 6
yahariwe ibidukikije bakaba batera ibiti bakongera bagaca imikobeko ku misozi.
Ati: “Nk’uko abanyagihugu bo mu gisagara
ca Bujumbura batugendera baje kwinonora imitsi, boheza bakatugendera no muri
ivyo bikorwa”.  Musitanteri wa komine
Ntahangwa amenyeshako mw’ikomine arongoye imyuzurira yasasitse inganda aho
abantu 14 bitavye Imana, amazu 434 arasambuka. Imiryango igera ku 645 irata
izabo. Avugako inzu nyinshi zabomotse zari zubatse ahantu hatarekuriwe kwubaka.
Arashimira abo bose baserutse ku bahuye n’ayo makuba nk’umuryango utabara
imbabare Croix Rouge Burundi, CICR n’abo muri Reta ku mfashanyo bashikirije iyo
miryango Mu bijanye no gukinga inkukura ku ruzi Ntahangwa, Musitanteri wa
komine Ntahangwa amenyesha ko bamaze gutera imisuna irenga ibigumbi 20 000. Butoyi Simeho, Musitanteri
wa komine Mutimbuzi asabako uruzi Gasenyi rukunze gutwara imihana yo muri zone
Buterere rwosukwa mu ruzi Gikoma. Bitagenze uko bazokwama bahunze buri mwaka. Umwe mu bitavye iyo
nama yamenyesheje ko ingorane zimwe ziva ku bajejwe intwaro. Ati: “None ayo mazu bavuga ntiyubakwa abarongoye
imutumba canke amakaritiye babona kandi bazi ko ari mu bibanza bikingiwe
bitubakwamwo? Abategetsi bo ku rwego rwo hasi boreka gufumbatishwa kuko
ingaruka mbi zose zigaruka ku banyagihugu”. Abantu bakwiye kubaka
ahantu hashoboka Nkurikiye Ramazani
amenyesha ko mu vyitonderwa umuntu wese yokwubaka ahantu hashoboka nayo
abatware bakirinda gufumbatishwa, uwubatse bidaciye mu mategeko agahanwa. Ku
rwego rw’izo ntara 2, hotunganywa inama y’amakomite y’umutekano ahurikiyemwo
bose muri ayo mazone asangiye imbibe kugira bigire hamwe ivyokorwa mu gukingira
ibidukikije. Hoshirwaho umurwi rw’abihinga mu bidukikije bo muri izo ntara
kugira bige ibikorwa nyamukuru vyokorwa mu gukingira inzuzi. Abanyagihugu
bobandanya batera ibiti ku misozi no ku nzuzi mu gushigikira umugambi “Ewe
Burundi Urambaye”. Abajejwe intwaro bohimiriza abafise amazu ku musozi
kwegeraniriza hamwe amazi yose ava kuri zo mu gutunganya imireko no kwimba
ikinogo yoshikiramwo. Reta yokingira ibibanza vyakuwemwo urucekeri mukuhatera
ivyatsi n’ibiti. Mwomenyako iyo nama
yari yahuje abaserukiye Buramatari w’intara ya Bujumbura n’uwaserukuye Umukuru
w’igisagara ca Bujumbura, abarongoye amakomine agize igisagara ca Bujumbura
n’abarongoye komine zihana imbibe mu ntara ya Bujumbura, 5 batowe ku mitumba ihana
imbibe muri izo ntara hamwe n’abaserukiye inzego zo kwivuna abansi n’umutekano.
Mu Burundi abantu 20 bashasha batowe ingwara ya Coronavirus
Ubushikiranganji bwo ku bungabunga amagara y’abantu no kunwanya Sida buhejeje gutangaza ko abantu 20 bashasha batowe umugera wa Corona Mw’itangazo umushikiranganji ahejeje gusora kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo 06 rusama amenyesha ko muri abo 20, 4 batabarijwe n’ibitaro  POLYCEB, 1 wo mu bitaro vy’abasirikare mu Kamenge (Hôpital Militaire de Kamenge)  n’umwe 1 wo mu bitaro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU aha mu Burundi. 14 nabo ngo batowe mu bantu 51 bapimwe  kubera bamaranye umwanya munini n’ababarwayi batowe umugera wa Coronavirus. Muganga Thadée Ndikumana  amenyesha ko mubarwayi 29 bahora barwaye, 12 bakize.  « Ibipimo vyo gusuzuma ba barwayi 29 bari mu bitaro vyerekana ko abantu 12 atamigera ya Coronavirus bagifise. Abo bandi 17 naho batarakira, amagara yabo yifashe neza » Avuga ko muri abo 12,  10 n’abo mu bitaro vyitiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore na 2 bo mu bitaro vy’abasirikare vyo mu kamenge.  Amenyesha ko baronkejwe uburenganzira bwo gusubira mu miryango yabo. Amenyesha ko igikorwa co gukurikirana abantu bamaranye umwanya munini n’abo barwayi bashasha ukwo ari 20 batowe indwara ya Coronavirus kibandanya mu ntumbero yo kumenya abandi boba baranduye. Ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kunwanya Sida burahumuriza abanyagihugu ngo batekane ariko ko bokwitwararike gukwirikiza impanuro zo kwikingira no gukingira abandi ikiza ca Coronavirus.
Abantu munani (8) bashasha batowe umugera wa covid-19 mu Burundi
Ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya sida mw’itangazo bwasohoye kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 12 Rusama 2020 bumenyesha ko abantu 8 bashasha banduye covid-19. Abarwayi bane barakize umugera wa coronavirus bakaba baronkejwe impapuro zerekana ko bakize kugira bashobore gutaha Ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya sida bumenyeshako  kuva  kw’igenekerezo rya 5 gushika kurya 8 Rusama 2020, ibipimo vyakozwe ku bantu ijana na mirongo itanu n’umunani (158): cumi n’umwe (11) bari mu bitaro bagiriwe ibipimo vyo gusuzuma ko bagifise imigera ya Coronavirus; abantu cumi n’umwe (11)  biketsweko uwo mugera hamwe n’ijana na mirongo itatu na batandatu (136) mu bamaranye umwanya munini n’aba barwayi batowe umugera wa Coronavirus . Ubwo b’Ubushikiranganji bushikiriza ko Ibipimo vyo gusuzuma vyerekanye ko mu bantu 136 bamaranye umwanya munini n’aba barwayi batowe umugera wa Coronavirus, batanu (5)  muri bo banduye umugera wa coronavirus. “Mu bantu 11 batabarijwe n’ibitaro vyo mu gisagara ca Bujumbura, ibipimo vyerekanye ko batatu (3) muri bo banduye uwo mugera. Mu barwayi 11 bari mu bitaro, 4  muri bo ibipimo vyerekanye ko atamigera ya Coronavirus bagifise. Abo bane bakize umugera wa coronavirus baronkejwe impusha zerekana ko bakize kugira bashobore gutaha. ». Ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya sida ati : «  Igikorwa co gukurikirana abantu bamaranye umwanya munini n’abo barwayi bashasha batowe indwara ya Coronavirus kirabandanya mu ntumbero yo kumenya abandi boba baranduye ». Ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya sida busubiye guhumuriza abanyagihugu ngo batekane, ariko bitwararike gukwirikiza impanuro zo kwikingira no gukingira abandi ikiza ca Coronavirus.
Umurwi CENI n’imigambwe izoja mu matora baronkejwe ibikoresho vyo kwikingira umugera wa corona
Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 24 Ndamukiza, ubushikiranganji bujejwe kubungabunga amagara y’abantu no kugwanya Sida bwatanze igabire y’ibikoresho vy’isuku bigizwe n’indobo, amasabuni, udukoresho two gupfuka amazuru n’umunwa ku murwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI hamwe n’udukoresho two gupima ubushuhe ku migambwe izogira imyiyamamazo mu ntumbero yo gukinga  ikiza ca coronavirus mu bibanza bazokoreramwo Muganga Ndikumana Thaddée arongoye ubwo bushikiranganji amenyesha ko igihugu cinjiye mu gihe kidasanzwe gisaba abantu benshi guhurira mu kibanza kimwe mu gihe isi yose igihanzwe n’ikiza ca Coronavirus. Ashikiriza ko mu ntumbero yo gukingira abanyagihugu bazokwitaba imyiyamamazo ubushikiranganji arongoye bwahaye umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI indobo 2.000, amasabuni arenga ibihumbi 30.000, udukoresho dufuka umunwa n’amazuru ibihumbi 75.000. Ubwo bushikiranganji bwahaye kandi imigambwe izokwitaba amatora udukoresho two gupima ubushuhe « thermoflashs » 300. Umushikiranganji Ndikumana amenyesha ko imigambwe izokwiyamamaza mu gihugu cose yahawe umwumwe udukoresho dupima ubushuhe 36, ni ukuvuga udukoresho 2 ku ntara. Nayo imigambwe izokwiyamamaza mu ntara zimwezimwe yaronkejwe  umwumwe udukoresho 4. Abigenga bazokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihuhu uko ari babiri bahawe udukoresho 18 umw’umwe. Muganga Ndikumana asigura ko udukoresho two gufuka amazuru n’umunwa tugenewe gusa abakozi bo mu tuzu tw’itora hamwe n’abahagarikizi b’amatora. We asigura ko batoronka udukoresho bakwiza abantu bose ariyo mpamvu ubushikiranganji arongoye bwatanze ubukoresho bwo gupima ubushuhe ku bantu bose bazohurira mu bibanza vyo kwiyamamarizamwo. Umushikiranganji ajejwe kubungabunga amagara y’abantu amenyesha ko ata mugwayi wa marariya arekuriwe kwinjira muri ivyo bibanza. Ndikumana ashimangira ko umugambwe wose mu nteguro yawo uzoba ufise abaganga bajejwe ico gikorwa. Muganga Ndikumana ashikirizako indobo 1000 ziriko ibomba zizoshirwa ku mazu y’itora ari ku mashure kandi ko zizoca ziguma kuri ayo shure nyene amatora yose arangiye.  Ashikiriza kandi ko kuri kira kazu k’itora hazoba hari amasabuni arenga 2. Ndikumana amenyesha abarongoye imigambwe ko amatora yose aheze bazosubiza ibikoresho vyo gupima ubushuhe bahawe kugira ubushikiranganji bubihe ibitaro bibikeneye. Kazihise Petero Karaveri yamenyesheje ko iyo ngabire izokwunganira cane mu myiyamamazo hamwe no ku musi w’amatora. Kazihise ashikiriza ko ivyo bikoresho bari barabisavye ubushikiranganji mu ntumbero yo kwitwararika amagara y’abanyagihugu. Nahimana Petero Caraveri arongoya umugambwe Sahwanya Frodebu arashima iyo ngabire kuko ije hageze. Ati: « Imyiyamamazo itanguye mu gihe isi yose ihanzwe n’ikiza ca Corona. Twagumye tubisaba mu manama twagiranye n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’uwurongoye CENI none uno musi ivyo batwemereye barahejeje kubishitsa ». Nahimana amenyesha ko ibikoresho bahawe bazobifata neza kandi asaba ubushikiranganji n’abafasha uburundi kurungika ibindi bikoresho nk’ibifuka umunwa n’amazuru kugira babandanye bikingira neza ico kiza. We asaba ko ku musi w’amatora abantu bari ku murongo batokwegerana cane, ko hoba hariho abantu bajejwe kubatandukanya. Mwomenya ko imyiyamamazo izotangura kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2020 mu gihugu cose kandi ko amatora ry’umukuru w’igihugu, abashingamateka n’abajenama ba komine azobera umusi umwe kw’igenerezo rya 20 Rusama 2020.
Abantu batanu bashasha batowe indwara ya Coronavirus
Inyuma y’uko abantu 5 babonetse ko banduye ikiza ca coronavirus, Ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya sida mw’itangazo bwasohoye kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 21 Ndamukiza 2020 bumenyesha ko abantu 5 bashasha banduye. Abarwayi bane bakize umugera wa coronavirus baronkejwe impapuro zerekana ko bakize kugira bashobore gutaha Ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya sida bumenyeshako  ku magenekerezo ya 18 na 19 Ndamukiza 2020, ibipimo vyakozwe ku bantu amajana abiri na bane (204): batanu (5) bari mu bitaro bagiriwe ibipimo vyo gusuzuma ko bagifise imigera ya Coronavirus; umwe (1) yatabarijwe n’ibitaro vya Clinique Prince Louis Rwagasore yiketswe ko yoba yaranduye ikiza ca Coronavirus ; ijana na mirongo icenda n’umunani (198) mu bamaranye umwanya munini n’aba barwayi batowe umugera wa Coronavirus . Ubwo b’Ubushikiranganji bushikiriza ko Ibipimo vyo gusuzuma vyerekanye ko mu bantu 198 bamaranye umwanya munini naba barwayi batowe umugera wa Coronavirus, batanu (5) aribo banduye umugera wa coronavirus. “Abarwayi 5 bari mu bitaro vyerekana ko atamigera ya Coronavirus bagifise. Umwe yatabarijwe n’ibitaro vya Clinique Prince Louis Rwagasore basanze ata migera ya coronavirus yanduye. Abarwayi bane bakize umugera wa coronavirus baronkejwe impapuro zerekana ko bakize kugira bashobore gutaha ». Ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya sida ati : «  Igikorwa co gukurikirana abantu bamaranye umwanya munini n’abo barwayi bashasha batowe indwara ya Coronavirus kirabandanya mu ntumbero yo kumenya abandi boba baranduye ». Ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya sida busubiye guhumuriza abanyagihugu ngo batekane, ariko bitwararike gukwirikiza impanuro zo kwikingira no gukingira abandi ikiza ca Coronavirus.
Coronavirus : Inyuma ya bamwe 3, ntawundi aribonekeza ko arwaye mu Burundi
Ibipimo vyo gusuzuma ubugira kabiri vyakozwe kuri ba barwayi 3 bafise umugera wa Coronavirus vyerekanye ko abo barwayi 3 bagifise umugera wa Coronavirus. N’ayo ibipimo vy’abantu 34 boba bamaranye umwanya munini n’abo bagwayi 3 vyerekanye ko ata mugera wa coronavirus bafise. Ivyo vyamenyeshejwe na muganga Ndikumana Thaddée, umushikiranganji ajejwe kubungabunga amagara y’abantu no kugwanya Sida mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru ku mugoroba wo kuir uyu  wa gatatu igenekerezo rya 8 Ndamukiza Muganga Ndikumana Thaddée amenyesha ko ubwo bushikiranganji bwapimye ubugira 2 abagwayi batatu bafise umugera wa koronavirus. Ashikiraza ko ibipimo vyerekanye ko bagifise uwo mugera ariko ko amagara yabo akaba ameze neza. Ati: « Nta bushuhe, nta nkorora,nta guhema nabi, nta gucika inkokora bafise ndetse bafungura neza ». Muganga Ndikumana asigura ko bagiriye ibipimo abandi bantu 34 bamaranye umwanya munini n’abo bagwayi kandi ko basanze bose bakomeye ata numwe yanduye uwo mugera. Asigura ko muri abo 34, abantu 21 bapimwe ubugira kabiri mu gihe 13 bwari ubwa mbere bapimwe. Muganga Ndikumana avuga ko abo 13 bazosubira gupimwa irya kabiri haheze imisi indwi. Muganga Ndikumana asigura ko ingingo yo kumaza imisi 14 mu bibanza vyabigenewe abantu bose binjiye mu gihugu bavuye mu mahanga yafashwe ku neza yo gukingira imiryango n’igihugu ikiza ca Coronavirus. Amenyesha ko gushika ubu, mu bantu ibihumbi 2 936 binjiye mu gihugu, abantu ibihumbi 2 261 bakwije imisi 14 baca barataha mu mihana iwabo kandi ko amagara yabo ameze neza. Avuga ko abantu amajana 675 ari bo batarakwiza imini itegekanijwe. Umushikiranganji arabeshuza amakuru avuga ko uburundi buri mu bihugu bizogeregezwamwo urucanco rwa coronavirus Kubera ko uwukwije hose igihuha nawe aba ari umubeshi, umushikiranganji wo kubungabunga amagara y’abantu no kurwaya sida arabeshuje amakuru y’ikinyoma amaze imisi aca ku mbuga ngurukanabumenyi avuga ko igihugu c’ubushinwa cahaye uburundi imiti y’urucanco rwo gukinga coronavirus. Muganga Ndikumana asigura ko ubushinwa bwatanze ibikoresho bifasha mu gisata c’ibagiro n’ahagwarira indembe mu Bitaro Prince Régent Charles. Ni muri iyo mvo ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwaya sida bumenyesheje abarundi n’amakungu ko butazokwigera bwemera ko urucanco urwo ari rwo rwose rugeragerezwa ku banyagihugu b’abarundi. Muganga Ndikumana asaba abarundi kutabandanya bakwiragiza amafoto avuga ku bantu banduye ikiza ca coronavirus mu Burundi kuko amwe ariko aracafuza abo bantu kandi batari muri abo bagwayi.  Mwomenya ko ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu buguma guhumuriza abanyagihugu ngo  babandanye imirimo yabo ariko bitwararike gusumba ingingo zo kwikingira ikiza ca coronavirus, na cane cane mu gukaraba amazi meza n’isabuni, kwirinda kuramukanya bakorana mu minwe, bahoberena canke bahana inkokora.
Ubushinwa bwatanze imfashanyo y’imiti n’ibikoresho ku bitaro vyitiriwe umuganwa Karori
Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 3 Ndamukiza, intara ya Chinhai yo mu gihugu c’ubushinwa ibicishije mu buserukizi bw’ubushinwa mu Burundi yatanze imfashanyo igizwe n’ibikoresho vyo kwa muganga hamwe n’imiti itandukanye ku bitaro vyitiriwe umuganwa Karori mu gisagara ca Bujumbura. Iyo mfashanyo ikaba ifise agaciro kangana n’ibihumbi amajana ane(400 000) vy’amafaranga y’abanyamerika Umuserukizi w’ubushinwa mu Burundi Li ChangLin amenyesha ko ubushinwa bwimirije guha uburundi iyindi mfashanyo igizwe n’ibikoresho hamwe n’imiti mu ntumbero yo gukomeza ubucuti hamwe no kugwanya ikiza ca Coronavirus kibangamiye ibihugu bitari bike kw’isi. Umuserukizi w’ubushinwa amenyesha ko iyo mfashanyo ije yiyongera ku vyuma vyo gupima ingwara ya Coronavirus ico gihugu giheruka guha uburundi. Asaba ibihugu vya rutura gushira inguvu hamwe kugira bagwanye ico kiza. Muganga Ndikumana Thaddée, umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida akaba ari nawe yaserukiye Leta y’uburundi arashima iyo mfashanyo kuko izosahiriza cane muri ivyo bitaro. Muganga Ndikumana amenyesha ko kuva ikiza ca Coronavirus cibonekeje ubushinwa bwafashije ibihugu bitari bike vyo kw’isi harimwo n’uburundi. Muganga Ndikumana arakengurukira ubushinwa ku migenderanire myiza bufitaniye n’uburundi. Arashimira abaganga bakomoka muri ico gihugu bakora kuri ivyo bitaro kuko bafasha cane mu bijanye n’ubuhinga mu kuvura abagwaye ingwara zitandukanye. Muganga Ndikumana ashikiriza ko kuri uyu wa kane igenekerezo rya 2 Ndamukiza abahinga bo mu kigo kijejwe gupima ingwara ya Coronavirus barapimye abantu 6 bari babonanye na wa mwigeme agwaye Coronavirus. Umushikiranganji w’amagara y’abantu avuga ko bose basanze bakomeye. Mwomenya ko ubushikiranganji buguma bwibutsa ko abantu bakomeye batarekuriwe kwambara udutambara dufuka amazuru n’umunwa, ko utwo dutambara twagenewe abagwayi, abafise inkorora hamwe n’abaganga bavura abagwayi.
Umuntu agira gatatu yaranduye ikiza ca Coronavirus mu Burundi
Mu kiganiro atanze ku banditsi n’abamenyeshamakuru ku mugoroba wo kuri uyu wa kane igenekerezo rya 02 Ndamukiza 2020, umushikiranganji w’amagara y’abantu amenyesha abarundi n’amakungu ko mu bipimo vy’abantu 23 babonanye na ba barwayi ba coronavirus 2 bapimwa kw’igenekerezo rya 31 Ntwarante, umwigeme umwe basanze yaranduye uwo mugera nayo 22 basanze bakomeye Umushikiranganji w’amagara y’abantu, muganga Ndikumana Thaddée avuga ko mu ntumbero yo kubandanya bagwanya ikiza ca Coronavis, ubushikiranganji bwagize ibipimo vy’abantu 23 mu kibanza c’isuzumiro co mu kigo c’abaganga INSP. Mu bipimo vyabaye, muganga Ndikumana avuga ko umuntu umwe ariwe basanze yaranduye umugera wa Coronavirus nayo  22 basanze bakomeye neza. Uwo yanduye ni umwigeme w’imyaka 26 y’amavuko yabana mu nzu imwe n’umwe muri abo bagwayi babiri. Muganga Ndikumana ashikiriza ko uwo mwigeme yaciye ajanwa mu kigo kijejwe gukurikirana abagwaye Coronavirus mu bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore kandi ko amagara yiwe ameze neza. Muganga Ndikumana asaba abanyagihugu kudasamazwa cane n’ikiza ca Coronavirus bigatuma bibagira ko hari izindi ngwara zica abantu atari bake. Izo ngwara ni nka malariya isanzwe ariyo yambere ihitana abantu batari bake muri Afurika y’amaja epfo no mu Burundi. Hari kandi ingwara y’igituntu, choléra, Sida, diyabete n’ivuduka ry’umurindi w’amaraso. Muganga Ndikumana asaba abanyagihugu kuryama mu musegera urimwo umuti mu ntumbero yo kwikingira iyo ngwara. Umushikiranganji w’amagara y’abantu asaba abanyagihugu bo mu kiyaya c’imbo gukwirikiza neza amabwirizwa y’isuku mu ntumbero yo kwikingira ikiza ca choléra gikunda kwibonekeza muri ico kiyaya. Abanyagihugu basabwa kandi kuguma bakwirikiza amabwirizwa y’isuku hamwe n’ingingo zafashwe n’inzego za Leta mu ntumbero yo kwikingira neza ikiza ca Coronavirus n’ibindi biza bihitana abantu benshi kw’isi.
Ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu busaba abanyagihugu  gutekana no kudakwiragiza ibihuha
Mu ntumbero yo guhumuriza no kumenyesha abanyagihugu ivyekeye ikiza ca coronavirus, ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida bwarasohoye itangazo kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 1 Ndamukiza bumenyesha ko abagwayi 2 b’abarundi bapimwe umugera wa corona kw’igenekerezo rya 31 Ntwarante 2020 bariko barakurikiranwa mu kibanza cabigenewe ndetse ko amagara yabo yifashe neza. Ubwo bushikiranganji burahumuriza abitura ibitaro bitiriye umuganwa Rudoviko Rwagasore ko ico kigo cagenewe kwakira abarwayi ba coronavirus categuwe neza kandi ataho gihurira n’ibitaro, ko ata murwayi yohandurira ico kiza Muganga Ndikumana arongoye ubwo bushikiranganji amenyesha ko abarundi batocika intege ahubwo ko boguma ku mirimo yabo batekanye kuko abantu babiri banduye ingwara ya Coronavirus bariko barakurikiranwa neza mu bitaro vyabigenewe kandi ko amagara yabo ameze neza. Muganga Ndikumana amenyesha kandi ko igikorwa co kurondera no gupima abantu babonanye n’abo bagwayi canke abantu boba bamaranye nabo umwanya munini kibandanya kandi ko kiriko kiragenda neza. Mu ntumbero yo kubandanya bazitira ikwiragizwa ry’uwo mugera, muganga Ndikumana asaba abantu bavuye mu ngendo hanze y’igihugu canke boba baramaranye umwanya n’umuntu yapimwe bagasanga yaranduye umugera wa corona kuguma mu mihana iwabo ntibagume batembera bongere babimenyeshe mu guhamagara ku nomero itariha 117. Nayo uwo wese yumva afise ibimenyetso vya coronavirus asabwa kwitura ivuriro canke ibitaro bimwegereye. Umushikiranganji w’amagara y’abantu arahumuriza abagwayi bitura ibitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore ko ata wuzohandurira ingwara yo Coronavirus kuko aho bavurirwa ata migenderanire hafitaniye n’ikigo abagwaye Coronavirus bavurirwamwo. Uwo mushikiranganji asaba abarundi kwirinda ibihuha no kubikwiragiza kuko hari abibaza ko wanduye iyo ngwara uba upfuye. Ati: “Kuba umuntu yanduye coronavirus ntibisigura ko aca yitaba Imana. Mu cigwa abahinga bakoze, barerekanye ko ibice birenga 80% vy’abanduye coronavirus bafise imyaka iri musi ya 70 bikiza ata muti barinze gufata”. Mu gihe muri ino misi mu mabarabara atandukanye mu gisagara ca Bujumbura n’ahandi hibonekeza abantu batari bake bagenda bambaye udutambara dupfuka amazuru n’umunwa (masque), muganga Ndikumana abibutsa ko utwo dutambara twambarwa gusa n’umugwayi, uwo wese yiketsweko ibimenyetso vy’iyo ndwara hamwe n’abavuzi bajejwe kubakurikirana. Avuga ko bidakenewe kutwambara ukomeye, ata kimenyetso na kimwe ufise. Ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu burahimiriza abanyagihugu bose kubandanya imirimo yabo ariko bitwararike gusumba ingingo zo kwikingira ico kiza mu gukaraba amazi meza n’isabuni, kwirinda kuramukanya dukorana mu minwe, guhoberana canke guhana inkokora no kwirinda kwasamurira ku bantu. Mwomenya ko mu Burundi kugeza ubu hamaze kwibonekeza abagwayi ba coronavirus 2 kandi ko ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu bumenyesha ko  bufise ibikoresho bikwiye vyo gupima uwo mugera ndetse hari n’abaganga banonosoye ibijanye no gupima umugera wa Coronavirus.
Coronavirus : Uruhombo ni runini ku badandaza bo mw’isoko kwa Siyoni
Mu gihe ikiza ca Coronavirus kimaze amezi ane gitanguye kwibonekeza mu gihugu c’ubushinwa kiramaze gutikiza abantu batari bake mu bihugu vyo kw’isi. Ico kiza kikaba kimaze kwinjira mu bihugu 5 muri 6 bigize akarere ka Afurika y’ubuseruko. Kubera ko uruja n’uruza rw’abantu rwahagaritswe hagati y’ibihugu, ingaruka mbi zitari nke ziribonekeza ku masoko amwamwe yo mu gisagara ca Bujumbura Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 30 Ntwarante 2020, ikinyamakuru Ejoheza News cagendeye abadandaza bo kw’isoko ya Buja City Market aho benshi bita « kwa Siyoni » mu ntumbero yo kwirabira uko uruja n’uruza rw’abantu rwifashe kuri iryo soko mu gihe ryaremwa cane n’abaje bava mu gihugu kibanyi ca Congo. Utembereye mw’isoko yo kwa Siyoni ahari igituro c’imodoka zija mu gihugu kibanyi ca Congo ikibanza kiragaragara nta modoka nimwe uhasanga. Ucinjira mw’isoko urabona neza ko uruja n’uruza rw’abantu rwagabanutse ugereranije no mu misi iheze. Ucinjira mw’isoko hagati usanga abadandaza bicaye barindiriye uwoza kubaza. Ariko icibonekeza ni uko impuzu zazimvye cane aho amashati amwamwe yahora ku bihumbi 20.000 ageze ku bihumbi 30.000, ibitenge navyo biva ku 35.000 bija ku 40.0000.  Umwe mu badandaza impuzu twayaze amenyesha ko iki kiza kidatorewe umuti ingorane zizobandanya zigwira maze abantu bakicwa n’inzara ku bwinshi. N’ayo mu gihe vyoshika ico kiza kigashika mu Burundi gutyo abantu bakaguma mu mazu, uwo mudandaza avuga ko benshi bopfira mu mazu kubera kubura ico bafungura. Ashimangira avuga ko kuja kudandaza ari nko kumara ibwirizwa kuko impuzu zarazimvye n’uwubajije ntagura ku bera igiciro. Umwe mu badandaza ibirato twaganiriye avuga ko ico kiza citwa « Korako » catumye atandukana n’umugore vy’imfatakibanza kubera kubura amafaranga yo gutunga urugo. We amenyesha ko kuja kw’isoko kudandaza ubu ari nko kuja kw’irigara kuko urudandazwa rusa n’urwahagaze mw’isoko kwa Siyoni kuva akabakongomani bagumye mu gihugu iwabo kubera ico kiza. Ati: « Natashe incuro zitatu ntitwaje ishashe kandi ubwa mbere naje kudandaza ibirato nataha nsumye umugore atangura kumbaza icabaye nanje maze imisi ntaronka n’ayo niririrwa ». Ashikiriza ko amaze kubona ubukene bafise mu muryango baciye baja inama n’umugore bemeranya ko asubira iwabo mu ntara ya Bujumbura kugira ntibicwe n’inzara. We amenyesha ko mu gihe ico kiza cohera amafaranga agasubira kuboneka azoca agarukana umukenyezi wiwe mu rugo. Irambona Nadège akora mu bunywero « Ambiance » asigura ko kuva uruja n’uruza rw’abantu rugabanutse kw’isoko kwa Siyoni agahombo ari kenshi kuko abakongomani aribo babinjiriza amafaranga menshi kuko banywa inzoga ku bwinshi kandi umwanya munini bigatuma inyungu iba nini. We asigura ko kuva bagumye iwabo ubwo bunywero bwaciye butangura gukorera mu gahombo kuko birirwa bicaye bakabura abaza kunywa. Misago Manasé ashona impuzu amenyesha ko ikiza ca Coronavirus cabasize mu kangaratete kuko basa n’abifumbereje kubera batakironka neza abashonesha impuzu. Misago asigura ko bugarijwe n’ubukene mu miryango kubera ko uruja n’uruza rw’abantu rwagabanutse muri iryo soko bituma badashobora kuronka uburyo bwo kwibeshaho no kuriha amazu bapanze. We asigura ko abava mu gihugu kibanyi ca Congo aribo basonesha impuzu ku bwinshi kandi bagatanga amafaranga menshi ugereranije n’abarundi. Abona ko intambamyi zoba nyinshi mu gihugu mu gihe ico kiza cohashika. Ati: « Mu gihe Leta yofata ingingo yo kuguma mu mazu yobanza guteguza abanyagihugu abaduga rugura bakaduga kuko ku bwiwe uwutishwe n’ico kiza yokwicwa n’inzara kuko benshi batunzwe no gusuma ». Nshimirimana Edson, umwe mu barongoye ishirahamwe ry’abadandaza b’inkoko hafi y’ubwinjiriro inomero 5 avuga ko iyo ngwara yatumye abaguzi bagabanuka ku bwinshi. Asigura ko inkoko zitakigurwa cane nko mu misi iheze kubera ata bantu bakirema isoko ku bwinshi kandi ata ngenzi zicinjira mu gihugu. Nshimirimana avuga ko hacinjira ingenzi ku bwinshi badandaza inkoko nyishi kuko abakora mu mahoteri bakunda kuza kuzirangura izindi zikagurwa n’abakongomani. We asigura ko abahora bazirangura mu gihuhu hagati bakazimanukana mu gisagara ca Bujumbura batakibikora ku gutinya guhomba. Mwomenya ko kugeza ubu mu Burundi hamaze kwibonekeza abantu 2 bamaze kwandura ingwara ya Corona.
Abantu 2 bamaze kwemezwa ko bagwaye coronavirus mu Burundi
Mu kiganiro yatanze ku banditsi n’abamenyeshamakuru ku mugoroba wo    kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 31 Ntwarante 2020, umushikiranganji w’amagara y’abantu amenyesha abarundi n’amakungu ko mu bipimo vy’abantu 5 biketsweko ikiza ca Coronavirus basanze ko 2 bafise iyo ingwara.  Muganga
Ndikumana avuga ko abo bagwayi 2 bari bituye ibitaro Bumerec biri mu gisagara ca
Bujumbura. Amenyesha ko umwe ari umurundi afise imyaka 56 y’amavuka akaba
yinjiye mu Burundi avuye mu Rwanda kw’igenekerezo rya 18 Ntwarante. Uwundi nawe
ni umurundi w’imyaka 42 yaje ava muri Dubai. Muganga
Ndikumana avuga ko amagara yabo atarasinzikara. Amenyesha kandi ko bapimye
n’abandi bagwayi 3 bari mu bitaro vy’i Giteranyi baje bava mu gihugu ca
Tanzaniya. Ndikumana avuga ko ibipimo vyerekanye ko abo batatu ata kiza ca
Coronavirus bagwaye.
Ingingo yo gukaraba yoba yubahirizwa mu buriro no ku masoko ?
Mu ntumbero yo kwihweza ko ingingo zijanye no kwikingira ikiza ca Coronavirus zashinzwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu zikurikizwa mu bibanza bimwebimwe bihuriramwo abantu benshi hamwe n’ico abantu bazi kuri ico kiza, ikinyamakuru EjoHeza News cagendeye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 30 Ntwarante 2020 amazu y’uburiro ari kw’isoko Buja City Market bita kwa Siyoni no muri zone Buyenzi. Ico kinyamakuru kikaba cavuganye n’abantu bakorera urudandazwa muri ayo masoko Mu kibanza
kiri inyuma y’isoko kwa Siyoni hari umurongo w’amazu y’uburiro hamwe
n’ubunywero bwitiriwe « Ambiance » ndetse n’abadandaza ibirato.
Icibonekeza ni uko ingingo yo gukaraba amazi meza n’isabuni imbere yo kwinjira
muri ubwo buriro yafanshwe nka nkama kuko amazu menshi arafise indobo zirimwo
amazi yo gukaraba. Ikindi cibonekeza ni uko abantu twaganiriye benshi bazi
ibitari bike ku bijanye n’ikiza ca Coronavirus. Hari n’abandi usanga bacita
ayandi mazina nka « korako » canke «Coronovirus». Mugori, umwe
mu bakora mu nzu y’uburiro amenyesha ko ata muntu n’umwe bemerera ko yinjira mu
buriro adakaravye ku gutinya ko yokwenduza abandi. At: « Nguma nicaye ng’aha kugira n’uwibagiye
gukaraba nce ndamwibutsa kandi baravyubahiriza ». Mugori asigura ko
iyo ngwara yayumvise ku nsamiriza kandi ko yandukira biciye mu bihimba
vy’ihemero ariyo mpamvu umuntu ategerezwa gukaraba kenshi akirinda no
kuramukanya mu minwe. Irambona
Nadège akora mu bunywero Ambiance we
asigura ko mu gukaraba bahora bakoresha indobo n’igikombe ariko ko bagiye
gushirishako amabomba mu ntumbero yo kwikingira neza kuko babona ko igikombe
kitoroshe gukoresha mu gukaraba. Irambona avuga kandi ko abantu bamaze
kumenyera umugirwa wo gukaraba mu kwinjira kuko n’aho batabona akadobo
bakarabiramwo baca babaza aho bakaraba. Ati: « Iyo ngingo igitangura benshi ntibabitahura ariko ubu kubera bamaze
kubona ko ikiza ca Coronavirus gikaze n’uwinjiye wese arabaza aho akaraba ».
Misago
Manasé ashona impuzu amenyesha ko insamirizi zidasiba kubaremesha ku bijanye
n’ikiza ca Coronavirus. Amenyesha ko abantu bose baje gusonesha impuzu babanza
gukaraba. Misigaro avuga ko mu gihe ico kiza cokwinjira mu Burundi maze Leta
igafata ingingo yo kuguma mu mazu yobanza guteguza abanyagihugu kugira abaduga
rugura baduga kuko ku bwiwe uwutishwe n’ico kiza yokwicwa n’inzara kuko benshi
batunzwe no gusuma. We atera
akamo abajejwe umutekano ku mbibe kuba maso misi yose ntihagire abandi binjira
mu Burundi kuko umubanyi atewe nawe uba usungerejwe. N’ayo hagize uwinjira mu
gihugu asaba ko bomukurikirana neza kugira ntiyanduze abandi. N’ayo ku
bijanye n’amazu y’uburiro hamwe n’ayo barorerezamwo amareresi muri zone Buyenzi
ku mabarabara ya 6, 7, 8, 10 na 11, menshi muri yo  yubahirije impanuro z’ubushikiranganji
bw’amagara y’abantu kuko abantu batari bake mu kwinjira babanza gukaraba. N’aho biruko, Kwizera Mohamed akora muri studio akongera akarorereza amareresi amenyesha ko abantu babayebaye muri iyo zone bataratahura neza akamaro ko gukaraba kuko benshi bavuga ko bakaraba bagomba bafungure. Ariko we asigura ko aza arabatahuza kandi ko atawinjira kuraba ireresi adakaravye kuko amagara aruta amajana. Kwizera amenyesha
ko we yakoze agapublisite kavuga ibijanye n’ikiza ca Coronavirus kandi ko misi
yose mu kurorereza ireresi canke agiye kuvuza indirimbo mu rubanza rw’ubugeni
aguma akavuza kugira agume yibutsa abantu ibijanye n’ico kiza. Asaba ko abajejwe
amagara y’abantu na leta bocishamwo bakarondera imodoka yokwiragira muri iyo zone
igenda iravuga ibijanye no kwikingira ico kiza kuko abatari bake batumviriza
insamirizi Ikigaragara
muri iyo zone n’uko abantu bataratangura gushira utudobo two gukaraba ku mpangu
babamwo nk’uko mu mamakaritiye amwamwe yo muri zone Rohero batanguye kubikora.
Abantu 4 biketsweko ingwara ya Coronavirus mu bitaro kira ibipimo vyerekanye ko bakomeye
Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kugwanya ikiza Sida, Muganga Ndikumana Thaddée amenyesha  ko gushika ubu mu Burundi ata kiza ca Coronavirus kirahibonekeza kandi ko abantu bane kiketswetso ibimenyetso vy’iyo ngwara mu bipimo bagize mu kibanza c’isuzumiro kiri mu kigo c’ubuvuzi INSP basanze bose kabomeye. Yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 28 Ntwarante Umushikiranganji w’amagara y’abantu asigura ko kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 27 Ntwarante ibitaro Kira biri mu gisagara ca Bujumbura vyamenyesheje ubushikiranganji arongoye ko mu barwayi bakiriye harimwo abantu 3 biketsweko ibimenyetso vy’ingwara ya Corona. Uwo mushikiranganji amenyesha ko uwo musi nyene ubwo bushikiranganji bwitavye iterefone y’umuntu yitabariza ko yumva afise ibimenyetso vy’iyo ngwara. Muganga
Ndikumana avuga ko ubushikiranganji bwaciye burungika umurwi w’abahinga kugira
bapime abo bantu. Muganga Ndikumana ashikiriza ko ibipimo abo baganga bagize mu
kigo c’isuzumiro rya Coronavirus muri INSP vyerekanye ko abo bantu bose
bakomeye, ata ngwara ya Coronavirus bagwaye. Uwo mushikiranganji ashikiriza ko
kugeza ubu ata muntu numwe aratorwako ingwara ya Coronavirus mu Burundi. Muganga
ndikumana yibutsa abarundi bose n’abarongoye ibitaro mu gihugu cose ko icuma ca
PCR gipima umugera wa Coronavirus kiri mu kigo c’ubuvuzi ca INSP gusa ata handi
kiri. Vyongeye abarongoye ibitaro n’amavuriro bokwibuka ko umuntu wese
biketseko ibimenyetso vy’iyo ngwara ategerezwa gukurwa mu bandi bagwayi akaja
ukwiwe, bagaca babimenyeshe ubushikiranganji kugira bumupime. Muganga
Ndikumana asaba abarundi kuguma batekanye, bime amatwi abashaka kubaca umutima
mu kurungika ku mbuga ngurukanabumenyi canke ku bimenyeshamakuru bimwebimwe vyo
hanze amakuru y’ibinyoma. Abibutsa ko amakuru nyayo yizewe ku bijanye na
coronavirus canke izindi ngwara z’ivyaduka atangwa n’ubushikiranganji bujejwe
amagara y’abantu. Uwo mushikiranganji abibutsa kandi kwama bitwararika isuku mu
gukaraba amazi meza n’isabuni hamwe no kwirinda kuramukanya mu minwe canke
guhoberana. Mwomenya ko abo bantu bane bari biketsweko ico kiza umwe ari umukenyezi w’imyaka 63 n’umwigeme wiwe afise imyaka 23 bava mu gihugu ca Centrafrique, uwundi ni umurundi w’imyaka 30 aba mu gihugu ca Kenya, hamwe n’umurundi w’imyaka 38 asanzwe aba mu gihugu c’Urwanda yahamagaye ku nomero y’ubushikiranganji itariha 117 aca asabwa kuja ku bitaro Kira kugira agirirwe ibipimo hamwe n’abandi.
« Uburundi burafise ibikoresho vyo gupima ikiza ca coronavirus »
Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 27
Ntwarante 2020, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya ikiza Sida
bwatunganije urugendo ku bamenyeshamakuru mu kibanza c’isuzumiro ry’ingwara ya
Coronavirus ku rwego rw’igihugu kiri mu kigo c’ubuvuzi INSP hamwe n’ibitaro
vyitiriwe umuganwa Rudoviko rwagasore bizokwakira abagwaye iyo ndwara mu
ntumbero yo kubereka ko uburundi bwiteguriye neza gupima ikiza ca coronavirus Umushikiranganji,
Muganga Thaddée Ndikumana amenyesha ko urwo rugendo rwatunganijwe mu ntumbero
yo kubeshuza amakuru amwamwe aca ku mbuga ngurukanabumenyi avuga ko uburundi
bwanka kwemeza ko hari abamaze kwandura ingwara ya Coronavirus kubera ata
bikoresho bikwiye bufise vyo gupima iyo ngwara. Muganda
Ndikumana avuga ko uburundi bwitunganije bihagije kuko ikigo gisuzuma ingwara
ya Coronavirus hamwe na Ebola ku rwego rw’igihugu kiri mu kigo c’ubuvuzi INSP
gifise imashine 6 zishobora gupima icarimwe abantu barenga amajana atatu,
zigatanga inyishu mu kiringo kiri hagati y’amasaha abiri n’amasaha ane. Umwe mu
baganga bakora muri ico kigo asigura ko imashine 2 zipima abantu 192 mu mwanya
umwe zitanga inyishu hagati y’amasaha 3 n’amasaha 4, imashine 2 zipima abantu
32 imwimwe zitanga inyishu mu masaha ari hagati y’abiri n’atatu na 2 zipima
abantu 34 imwimwe mu mwanya umwe. Muganga
ndikumana avuga ko ubushikiranganji arongoye bwashinze ku mbibe ibigo 22
bijejwe gupima iyo ngwara. Asigura ko ubwo bushikiranganji bufise rusehabaniha
19 zifise ibikoresho bikwiye mu gufasha abagwaye iyo ngwara zikwiragiye mu
gihugu cose. Asigura ko abazofatwa na Coronavirus bazovurirwa mu bitaro
vy’itiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, mu bitaro vy’abasirikare mu Kamenge
hamwe no ku Mudubugu. Ibitaro vyitiriwe Rudoviko Rwagasore bifise ivyumba 6 birimwo
ibitanda 20 hamwe n’ivyuma bitari bike bifasha abagwayi barevye nayo mu bitaro
vy’abasirikare hari ibitanda 8. Muganga
Ndikumana amenyesha ko ubushikiranganji arongoye bumaze gupima abantu 3
bikekwako iyo ngwara aho babiri basanze atayo bagwaye, uwundi akaba ariko
aragirirwa ibipimo mu bitaro vya Kira biri i Bujumbura. Umushikiranganji asaba
abantu gutanga amakuru bitondeye kandi batohoje neza kuko amwamwe usanga aca
ivutu abanyagihugu. Ku bijanye
n’umuntu agwaye Coronavirus mu gihugu ca Tanzaniya bavuga ko yoba yaciye mu
Burundi, umushikiranganji w’amagara y’abantu asigura ko mu matohoza bagize uwo
muntu ari umutanzaniya anyonga imodoka nini yavuye muri Congo aca mu Burundi
hanyuma yinjira muri Tanzaniya kandi ko hari haciye imisi myinshi avuye mu
Burundi. Inyuma yurwo
rugendo, muganga Ndikumana arikumwe n’abamenyeshamakuru yaciye agendera amazu
y’idandarizo yo kuri Bata aho bita mur « Idéal » gushika kw’ibanki
Bancobu mu ntumbero yo kuraba ko abantu bakwirikije ingendo nziza yo gukaraba
winjiye canke usohotse mu kibanza gihuriramwo abantu benshi. Muganga Ndikumana
akaba akenguruka kuko yasanze hose barakwirikije iyo ngendo mu gushira ku
bwinjiriro indobo zirimwo amazi meza n’isabuni yo gukaraba. Asaba
n’abatarabikora kuzishiraho ku neza y’amagara yabo n’abahinjira. Umwe mu badandaza
twasanze kuri Bata agira ati: « Kuva
na kera na rindi abarundi bamye bagira isuku mu gukaraba. Naho iyo ngwara
yateye, gukaraba ni ngombwa kuri buri muntu wese. Nico gituma umuntu wese
yovyitwararika kuko amagara ari ntasubirizwa asesetse batayora ».
Gatogato Chris, icegera c’uwurongoye igituro c’imodoka
zija mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura amenyesha ko basizeho amazi yo
gukaraba mu kwinjira mu modoka nk’uko ubushikiranganji bwabisavye. Avuga ko
ishirahamwe ry’abatwara abantu n’ibintu ATRABU ariryo ribaha amasabuni amazi
bakoresha bayavoma ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura. Amenyesha kandi ko abantu
bose bavyubahiriza mukwinjira mu modoka bakaravye.
Inama Nshingamateka ya Afurika y’ubuseruko yahagurukuye ikiza ca Coronavirus
Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 25
Ntwarante 2020, umurwi w’abashingamateka b’abarundi bahurikiye mu Nama
Nshingamateka ya Afirika y’ubuseruko batunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru
mu ntumbero yo gushira ahabona ibikorwa bagiye kurangura mu ndwi 2 mu bihugu 6
bigize uwo umuryango wa Afurika y’ubuseruko mu kugwanya ikiza ca Corona. Ivyo
bikorwa bizoba  ku civugo « Gukangurira abantu kumenya ibijanye
n’umugera wa Corona hamwe no gusuzuma ibijanye n’imyiteguro mu ntumbero yo
kugwanya ingwara ya Codiv-19 » Burikukiye
Vigitori arongoye umurwi w’abashingamateka b’abarundi bahurikiye mu Nama
Nshingamateka y’umuryango wa Afurika y’ubuseruko amenyesha ko ibihugu vyose
birajwe ishinga n’ikiza ca Coronavirus kimaze guhitana abatari bake kuva mu
mpera z’umwaka wa 2019. Burikukiye asigura ko ari muri iyo mvo Inama
Nshingamateka ya Afurika y’ubuseruko yahisemwo kugira isekeza rijanye no
kurwanya ico kiza mu bihugu vyose bigize uwo muryango mu ntumbero yo
gukangurira abantu kumenya ibijanye n’umugera wa Corona hamwe no gusuzuma
ibijanye n’imyiteguro mu ntumbero yo kugwanya iyo ngwara. Burikukiye
amenyesha kandi ko iryo sekeza rizomara indwi 2 kandi ko ryatanguye kuri uyu wa
gatatu igenekerezo rya 25 Ntwarante rikazorangira kw’igebekerezo rya 7
Ndamukiza 2020. Asigura ko mu Burundi iryo sekeza rizoba mu mice 2 : K’umuce
wa mbere abo bashingamateka bazogendera abaserukira inzego zimwezimwe za Leta
na canecane abafise uruhara mw’iyubahirizwa ry’ishirwa mu ngiro ry’ingingo
zafashwe na Leta mu gukinga iyinjira ry’ikiza ca Coronavirus. Aha bazohanahana ivyiyumviro
ku ngingo zafashwe n’ingene ziriko zirashirwa mu ngiro mu ntumbero yo gukingira
uburundi n’akarere muri rusangi hamwe n’ingaruka mbi mu vy’ubutunzi n’imibano
zishobora gukomoka ku ngingo zafashwe haba mu Burundi canke mu bindi bihugu
vy’ako karere. Mu muce wa
kabiri abo bashingamateka bazokwishikira ku rubuga kugira basuzume ubumenyi
abanyagihugu bafise ku bijanye n’ikiza ca Coronavirus bongere barabe urugero
rw’umwitwarariko bafise n’ingene bagavye
kandi biteguriye kuyikingira no kuyikingira abandi. Burikukiye
ashikiriza kandi ko abo bashingamateka bazokwihweza inkurikizi mbi mu
vy’urudandazwa mpuzamakungu no mu guhanahana ibidandazwa hagati y’ibihugu
bigize uwo muryango inyuma y’ingingo zafashwe mu kwikingira Coronavirus. Mwomenya ko
uwitwararitse amagara yiwe aba akingiye abandi kandi ko uba uriko uratabara isi
uhereye mu karere ka Afirika y’ubuseruko. Karaba amazi meza n’isabuni imisi
yose mwongere mwirinde kuramukanya mu minwe canke guhoberana muzoba muriko muragwanya
neza ikiza ca Coronavirus.
COVID-19: Abarundi bari mu makungu basabwe kubangira kwinjira mu Burundi
Kuva kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 20 Ntwarante 2020, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya ikiza Sida bumenyesheje abarundi n’amakungu ko mu ntumbero yo kubandanya gukinga ikiza c’umugera wa Corona abarundi bose baba mu mahanga canke abanyamahanga baba mu Burundi biciye mu mategeko bari mu bindi bihugu boba baratenyenya gutaha mu kurindira ko bategurirwa neza ibibanza vy’isuzumiro bategerezwa kumaramwo imisi 14. Bishikirijwe na Muganga Ndikumana Thaddée, umushikiranganji w’amagara y’abantu no kugwanya ikiza Sida mu kiganiro ahejeje guha abanditsi n’abamenyeshamakuru. Muganga Ndikumana amenyesha ko abazotaha bose kuva iyi ngingo itangajwe  bazoca birihira aho bazoshikira hamwe n’ibikoresho bazokoresha. Ubwo
bushikiranganji busaba abantu kubandanya bitaho amabwirizwa y’isuku mu gukaraba
amazi n’isabuni igihe cose binjiye canke basohotse mu bibanza bikoraniramwo
abantu benshi. Kwirinda kuramukanya mu minwe canke kugwana mu nda hamwe no kwirinda
gucira no kwasamurira mu bantu.
Coronavirus: Uburundi bwahagaritse vy’imfatakibanza gutanga ama Visas
Mu ntumbero yo kwikingira ingwara ya Coronavirus, Uburundi bwahagaritse vy’imfatakibanza gutanga impusha zihabwa abinjira mu gihugu(Visas). Vyashikirijwe na Ezechiel Nibigira, umushikanganji w’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu afadikanije na Muganga Thaddée Ndikumana mu nama bagiraniye n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi n’amashirahamwe mpuzamakungu kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 19 ntwarante 2020. #CoronaVirusUpdates: Le @MAEBurundi et le @mspls_bdi organisent ce jeudi une séance d'information à l'endroit des chefs des Missions Diplomatiques et Consulaires, des représentants des organisations internationales et des ONG étrangères accréditées au #Burundi. pic.twitter.com/eKZWylBh3b Ezechiel
Nibigira yamenyesheje ko hagiye kubandanya hafatwa n’izindi ngingo narirya
ibihugu bihana imbibe n’Uburundi biza bimaze kwibonekezamwo abafise indwara ya
Coronavirus
Zimwe mu ngingo zafashwe mu kwikingira ikiza ca Coronavirus nticinjire mu  Burundi
Mu kiganiro umushikiranganji wo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida
yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 16
Ntwarante 2020 amenyesha ko mu ntumbero yo gukinga kugira ikiza coronavirus
nticinjire mu gihugu ubwo bushikiranganji bwafashe ingingo zitandukanye. Harasabwa
kubangira ku bijanye n’umugenzo wo kurwana mu nda hamwe no gukorana mu minwe mu
kuramukanya Umushikiranganji Ndikumana amenyeshako kuva kw’igenekezerezo rya 17 Ntwarante
2020, Ingenzi zose hamwe n’abarundi
bavuye mu bihugu vy’Ubwongereza, Leta zunze Ubumwe za Amerika na Ostraliya
zizoshikira mu kibanza co kuzisuzuma. Izo ngenzi zikaba zongewe mu bategerezwa
kumara imisi 14 basuzumwa mu kibanza categekanirijwe ico gikorwa. Iyo ngingo ikaba ije yiyongereye ku yari
yafashwe ku ngenzi ziva mu bihugu vy’Ubushinwa, Koreya y’epfo, Irani, Ubutariyano, Ubudagi, Ubufaransa,
Ubuyapani, Esupanye no  mu bindi bihugu
vya buraya. Ubushikiranganji bwo kubungabunga  amagara y’abantu busaba bushimitse ko ingenzi
n’abarundi binjiye mu gihugu baciye ku kibuga c’indege ca Bujumbura canke ku mipaka
yose yinjira mu gihugu baba abaciye mu mabarabara canke mu biyaga, bokorohereza
abakozi b’ubushikiranganji bajejwe kubasuzuma. Umushikiranganji Ndikumana amenyesha ko kuva habonetse uwurwaye ikiza ca
coronavirus mu gihugu c’Urwanda bakiriye abantu 261 kw’igenekerezo rya 15
Ntwarante 2020 bavuye muri ico gihugu. Abo bantu bari bagizwe n’abanyeshure bo
mu mashure yisumbuye 75, abo muri kaminuza 24, abavyeyi babo 132 bari bagiye
kubatora ku mashure, abahungutse 10 n’abanyamahanga 20. Umushikiranganji
Ndikumana ashikiriza ko bose bamaze gupimwa ata kimenyetso c’ikiza coronavirus
babasanganye, ari na co gituma haciye hafatwa ingingo yo kubakurikiranira mu
mihana iwabo canke mu bibanza vyatowe vyo kubacumbikira. Umushikiranganji wo kubungabunga amagara y’abantu asaba abanyagihugu
kugabanya ingendo mu bihugu birimwo abamaze gufatwa n’ico kiza. Arahumuriza abanyagihugu ko kugeza uyu musi
ata muntu n’umwe arinjira mu Burundi arwaye ingwara ya coronavirus. Umushikiranganji Ndikumana Thaddée asaba abanyagihugu gukurikiza amabwirizwa  y’isuku nko : Kwitaho gukaraba amazi meza n’isabuni, gutegekanya amazi n’isabuni vyo gukaraba ku mavuriro, ibitaro n’ahandi hahurira abantu benshi ( amashure, ibibuga vy’inkino, ibiro, amasengero, amahoteri, uburiro, ubunywero, amasoko, …). Ashikiriza ko muri ibi bihe bitoroshe vyo kwikingira ikiza ca coronavirus nticinjire mu gihugu cacu, umugenzo wo kuramukanya bakorana mu minwe canke bagwana mu nda woba urahagarikwa.
Burundi: Ingenzi zose zivuye mu bihugu vya buraya zizoshikira mu kibanza c’isuzumiro rya Coronavirus mu kiringo c’imisi 14
Mu ntumbero yo kubandanya neza
kwikingira ikiza ca Coronavirus, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no
kugwanya ikiza ruhonyanganda SIDA bumenyesha ko ingenzi zose zivuye mu bihugu
vya buraya zizoshikira mu kibanza co gusuzuma iyo ngwara mu kiringo c’imisi 14.
Iyo ngingo ikaba ije yiyongereye ku yari yafashwe ku ngenzi ziva mu bihugu
vy’Ubushinwa, Koreya yepfo, Irani, Ubutariyano, Ubudagi, Ubufaransa, Ubuyapani
na Esupanye. Muganga
Thaddée Ndikumana, umushikiranganji w’amagara y’abantu avuga ko kuva hafashwe
iyo ngingo kw’igenekerezo rya 6 gushika kw’igenekerezo rya 13 Ntwarante
ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bumaze kwakira muri ico kibanza ingenzi
34. Muganga
Ndikumana amenyesha ko mu Burundi ata muntu numwe araboneka afise ibimenyetso
vy’iyo ngwara. Muganga Ndikumana asaba ko ahantu hose hakoranira abantu benshi
nko mu masoko, amashure, amasengero, ibibuga vy’inkino, ibiro, amavuriro,
ubunywero, uburiro, n’ahandi hoshirwaho ibikoresho birimwo amazi meza n’isabuni
kugira mu kwinjira abantu babanze gukaraba. #Burundi #coronavirus La mesure de mise en quarantaine des passagers en provenance de #Chine, #France, #Italie, #Japon, #Iran, #Allemagne #Espagne #CoreeduSud est étendue par la @mspls_bdi à tous les passagers en provenance de tous les pays de l'UE https://t.co/iqZqp7H5HY pic.twitter.com/ECMunPJEpr Umushikiranganji
w’amagara y’abantu amenyesha ko gukaraba amazi meza n’isabuni bituma umuntu
yikingira cane umugera wa Coronavirus. Mwomenya ko
ico kiza candukira biciye mu guhema kandi ko kimaze kwibonekeza mu bihugu
vyinshi vya Buraya na Afurika ikaba yaramaze kuhashika.
Abakozi b’ihoteri « Source du Nil » bararonkejwe inyigisho zo kwikingira Coronavirus
Mu gihe ihoteri « Source du Nil » iheruka guhagarikirwa ibikorwa vyayo ku gira izokwakire, mu kiring o c’iminsi 14 ingenzi zose zivuye mu bihugu birimwo ikiza ca Coronavirus, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida bwaratunganije kuri uyu wa kane igenekerezo rya 05 Ntwarante 2020 inyigisho ku bakozi b’iyo hoteri mu ntumbero yo kubamenyesha ibikorwa bazokorana n’ubwo bushikiranganji mu kwakira izo ngenzi.   Muganga
Ndikumana Thaddée, umushikiranganji w’amagara y’abantu amenyesha ko izo ngenzi
zizokwakirirwa muri ico kibanza zizoba atari ingenzi zifise ibimenyetso vy’iyo
ndwara, ahubwo ko  ari ingenzi zizoba
zihazanywe mu ntumbero yokuzikurikirana mu kiringo c’imisi 14. Ikiringo
gisanzwe gitegekanijwe n’amategeko cokwemeza canke guhakana ko umuntu
yiketsweko iyo ndwara ko afise canke atayo afise. Ngo hamwe
vyoshika rero mubegeranirijwe muri ico kibanza hakagira uwugaragaza kimwe mu
bimenyetso vy’iyo ndwara ngo yoca anyarukanwa mu kibanza co ku Mudubugu kiri mu
ntara ya Bubanza. Muganga
Nkengurutse Liliane asanzwe akora mu gisata c’indembe (service des urgences)
muri ubwo bushikiranganji ari nawe kandi yatanze inyigisho yamenyesheje ko
uburyo nyamukuru mu kwikingira ari kugendera amategeko y’isuku mu gukaraba
amazi meza  n’isabuni, kwirinda
gukorakoranako canke guciragura aho ariho hose
kuko bituma iyo  ndwara
ikwiragizwa vuba na vuba, gushira agatambara ku munwa no ku mazuru mu gihe watsamuye.  Yanamenyesheje kandi ko  uwafashwe n’iyo ndwara agaragaza ibimenyetso
nka bimwe vy’indwara y’ inyonko canke  ibicurane
ari vyo ubushuhe, inkorora, kudendebukirwa hamwe n’ibindi.  Abakozi
b’iyo hoteri bakaba bagaragaje impungenge bafise ku magara yabo bafatiye ku
gikorwa bagiye gukora naburya bivugwako iyo ndwara itagira umuti. Nimpagararitse
Dieudonné ni umwe muri abo agira ati: « Mbega ko abo bashitse bazoba bavuye mur’ivyo bihugu bisanzwemwo iyo
ndwara. Kandi ikaba yandukira ni ngoga mu kwakira amafaranga baduhaye barishe
ivyo bafunguye, mbe tweho ntituzosanga tuhanduriye iyo ndwara? ». Mu nyishu zatanzwe
bishuwe ko bazoronswa ibikoresho vy’ukwikingira vyo ku biganza, ku munwa no ku
mazuru kandi ko nabo bazokwakirirwa muri ico kibanza ko bazoba bavyambaye.
Kandi ko bo bazoba bajejwe gusa gukora ibikorwa vyo gukinjika. Ibindi bijanye no
gukurikirana izo ngenzi bikazokorwa n’abaganga. Ariko kandi ngo  kwama bakoresha uburyo bwica imigera
n’imicafu (désinfection) nibwo buzokoreshwa cane. Umushikiranganji
w’amagara y’abantu yarahumurije abo bakozi ko batoterwa ubwoba kuko
Ubushikiranganji buza bwarategekanije ibikoresho bizobafasha kwikingira mu gihe
bazoba bariko bararangura ibikorwa vyabo.
Bakanibona
Isaac  asanzwe aserukira abo bakozi, Kw’izina
ry’abakozi asaba ko  Ubushikiranganji
bw’amagara y’abantu ndetse n’ubushikiranganji basanzwe bakukira(ubushikiranganji
bw’ubudandaji) boshinga umurwi uhurikiyemwo bose kugira ngo bige uko bazokorana
n’abo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu gutyo ngo hashirweho amasezerano.
Anasaba kandi ko hojaho urwandiko rwobitomora neza bakamenya aho begukira. Umushikiranganji
Ndikumana Thaddée akaba yamwishuye ko nawe yipfuza ko urwo rwandiko rwoboneka.
Ariko rero agasaba ko abajejwe iyo hoteri aribo bosaba urwo rwandiko
ubushikiranganji bw’ubudandaji bakukira nkuko vyari vyasabwe mu nama bari
baragiranye. Twobibutsa
ko ico kiza catanguye kwibonekeza kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2019 i Wuhani
mu gihugu c’Ubushinwa. Abarenga 93.090 kw’isi yose bakaba bamaze kwandura ico
kiza nayo 3168 bakaba bamaze guhitanwa n’ico kiza nk’uko bishikirizwa na OMS
gushika igenekerezo rya 04 Ruhuhuma 2020.
Uburundi buriteguye mu kwikingira indwara ya Coronavirus
Mu
ntumbero yo kwikingira ikiza ca Coronavirus, Umushikiranganji w’amagara y’abantu
ari kumwe n’uwuserukira OMS mu Burundi baratunganije ikiganiro Ku
bamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 31 Nzero 2020. Abarundi bazopimwa
bagasanga bafise ubushuhe buri hejuru ya 37,5 ° C bazoca bajanwa mu kigo kiri mu
bitaro vyitiriwe umuganwa Karori (Prince Regent Charles) Inyuma y’aho hatangajwe
ko hateye ikiza c’akamangu kiva ku mugera Coronavirus mu bihugu vya Aziya
canecane mu gihugu c’Ubushinwa,  ishirahamwe
mpuzamakungu OMS rimenyesha ko iyo ndwara ari ikiza kibangamiye amagara y’abantu
kw’isi.  Gukingira abanyagihugu b’abarundi
n’abashinwa baba mu Burundi nico gikorwa ubushikiranganji buriko burakora,
bimenyeshwa n’umushikiranganji w’amagara y’abantu, muganga Ndikumana Thaddée.  Uwo mushikiranganji amenyesha ko iyo ndwara
ifise ibimenyetso vy’ubushuhe bwinshi, inkorora n’ibicurane kandi ko ifatira mu
bihimba vy’ihemero.  Hagiye
gukorwa iki? Muganga Ndikumana Thaddée
ashikiriza ko ivyuma biri ku kibuga c’indege ca Bujumbura, bahora bakoresha mu
gupima ikiza Ebola arivyo bizokoreshwa
mu gupima umugera wa coronavirus kuko iyo ndwara ifise ibimenyetso bimwe
na Ebola. Ati: “Umuntu tuzopima tugasanga
afise ubushuhe buri hejuru 37,5 ° C, tuzoca tumushira mu kigo kizobakira mu
bitaro prince Régent Charles kugira babandanye ibipimo. Aho bakazohamara
ikiringo c’imisi 14”.  Avuga ko uwo bazosanga
afise ibimenyetso vy’iyo ndwara bazoca baba baramuha imiti yo kugabanya
ubushuhe, inkorora n’ibicurane mu kurindira ibipimo nyezina. Amenyesha kandi
ubushikiranganji busanzwe bufise abahinga banonosoye kuvura indwara z’ibiza ari
nabo bazoca bakora ico gikorwa.   Umushikiranganji avuga
ko kurya bahora bigisha kwikingira Ebola ariko n’ubu bazobandanya babikora.  Mu ntumbero yo kwikingira ivyo biza, umuntu
wese asabwa gukuriza amabwirizwa y’isuku nko kwirinda kwasamurira mu bantu,
gukaraba amazi meza n’isabuni….“Abashinwa
tuzobonako ibimenyetso vya Coronavirus bazoca batwarwa mu kigo kiri mu bitaro
vyo ku mpanda i Bubanza kuko hari abaganga b’abashinwa batari bake bahakora. Ku
barundi bafata ingendo baja mu bushinwa, basabwa guca mu bushikiranganji imbere
yo kugenda kugira babatekerere impanuro”. Mwomenya ko abarundi bazokwikekwa ko iyo ndwara, ibipimo vyabo bizoca birungikwa muri Afirika y’epfo kuko ariho honyene muri afirika yose hari ikigo gipima coronavirus.
Ikigo ACECI mu rugamba rwo kurwanya indwara ya marariya
Mu ntumbero yo kurabira hamwe
ivyaranguwe n’ishirahamwe ACECI (Agence Consultative en Ethique de la
Coopération Internationale) mu mwaka wa 2019, iryoshirahamwe ryaratunganije ikiganiro
kubamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 27 Nzero 2020. Igiterwa Artemisia carafashije
mu kurwanya marariya Ginette Karirekinyana, asanzwe arongoye ico ikigo
kivuza imiti kama  biciye mu ngaburo
(Karire product) amenyesha ko ico kigo kimaze kurangura ibitari bike mu guteza imbere
amagara y’abantu hakoreshejwe imiti kama inyuma y’imyaka icenda kimaze. Ibiterwa
artemisia (igiterwa gikinga ingwara ya marariya)
na cataire
vyarakwiragijwe mu ntara nka zose zigize igihugu. Ivyo bikaba vyarafashije cane
mu gukinga marariya ari na co gituma iyo ndwara yagabanutse cane, biboneka ko
uwo muti kama wafashije. Karire kinyana
ati : « Muri Diyoseze ya Rutana
igiterwa Artemisia baracijukiye cane mu kukigwiza ari na co gituma marariya yahoraari
ikiza muri iyo ntara yagabanutse cane ». Akamaro k’ico giterwa Igiterwa artemisia ugifashe utaragwara uba wikingiye indwara ya marariya,
mu gihe ugwaye naho uba uriko urayivura. Kurandurana n’imizi iyo ndwara mu
Burundi ni yo ntumbero y’ikwiragizwa ry’ico giterwa mu ntara zose z’igihugu. « Kugira wikingire neza ufata iritiro imwe
y’icayi ca artemisia ku musi, ukabifata mu misi itatu mu ndwi, umubiri ntusubira
kugoyagoya ». Uwo muti utegurwa gute?
Nk’uko Karirekinyana abimenyesha, umuntu aca amababi hamwe n’umutumba waco.
Araheza akanikira ivyo bihimba vyaciwe. Bimaze kwuma, araheza akabisya. Agafu kabivuyemwo
ngo karashobora gushingurwa maze umuntu akazoza arakoresha gakegake abanje kugateka
nk’icayi. Ku bavyeyi bibungeze
artemisia irabafasha kwikingira indwara ya marariya. Karirekinyana amenyesha ko
ku mezi atatu 3 umukenyezi yibungenze, arashobora kunywa ako kayi akaba ariko arikingira
marariya. Nayo ku mezi atandatu gushika avyare aba ariko yikingira yongera akingira
umwana yibungenze kugira ntazovukane umugera wa marariya. Karirekinyana yongerako
ko abana bashobora kunywa ico cayi canke bakabasiga amavuta akozwe muri cataire
hamwe n’isabuni yaco. Karirekinyana
avuga ko abihereza uwo muti barwiriye cane: « Ubwa mbere abitura iki kigo banywa amaritiro 3,5 ku ndwi ariko ubu baranywa
amaritiro arenga 200 ku ndwi ». Karirekinyana
amenyesha ko ikigo ACECI kiriko kirubaka ihinguriro ryagutse ry’ico giterwa mu
ntara ya Bubanza. Akaba ari mu ntumbero yo kurondera guha agaciro ico giterwa
ndetse no kukigwiza mu Burundi. Karirekinyana avuga ko bazobandanya gukwiragiza
ico giterwa mu mitumba bongere bahimirize abanyagihugu gutera ico giterwa ku bwinshi
kugira kigwire congere kibinjirize amafaranga. Ni no muri iyo ntumbero ACECI
itegekanya gutanga ku ngo imivyaro 10 000 ku kwezi. Mwomenya ko hambamvu
y’uwomugambi wo gukwiragiza igiterwa artemisia mu ntara zose  zigize igihugu
c’Uburundi, hari n’umugambi wo kurima iyindi miti kama :Ibicuncu, icanda,
imibirizi, imiravumba n’iyindi miti myinshi. Mwomenya kandi ko ikigo ACECI, hambavu yo kurwanya marariya canarwije akazi kikabagikoresha
abakozi 50 bamaho n’abandi bakwiragiye hirya no hino mu ntara.
Uburundi bwarashoboye kugwanya ibiza vya cholera na malariya ku rugero rushimishije
Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 17 Nzero, ku vyaranguwe n’Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, Muganga Ndikumana Thaddée arongoye ubwo Bushikiranganji amenyesha ko mu Burundi ata kiza ca Choléra kikihari kuko haheze imisi 21 ata mugwayi n’umwe bakiriye. Abagwayi ba korera 1 095 baravuwe barakira. Ubwo Bushikiranganji avugako bwatanze imisegetera imiriyoni 6 900 000 mu gihugu cose mu ntumbero yo kurwanya malariya. Thaddée Ndikumana, Umushikiranganji w’amagara y’abantu amenyesha ko mu ntumbero yo guhangana n’indwara z’ibiza n’isibe, ubwo bushikiranganji bwashoboye kuvura abagwayi ba korera 1 095 barakira. Hakaba hitavye Imana abantu batanu. Abo nabo bakaba bashitse kwa muganga batevye kandi bamwe bari barwaye na marariya ikaze. Iyo ndwara ikaba yari yateye mu gisagara ca Bujumbura no  mu burere bw’ubuvuzi bwa Isare, Kabezi na Cibitoke mu mezi 6 aheze. Muganga Ndikumana ati: “Kubera ko haheze imisi 21 ata mugwayi wa korera yakiriwe, turatangaje icese ko ikiza ca korera twari twamenyesheje ko cateye mu Burundi mu ntango z’ukwezi kwa Ruheshi carangiye”.  Umushikiranganji
w’amagara y’abantu yamenyeshejeko mu mugambi wo kugwanya malaria baheruka
gutanga imisegetera imiriyoni 6 900 000 mu gihugu cose. “Asaba abatarose imisegetera bafise ubutike kutabuta kuko bariko
barayitanga mu gihugu hagati bahejeje bazoca baza kuyitanga mu gisagara ca
Bujumbura. Asaba kandi abanyagihugu bayirose kuyifata neza no kuyikoresha ico
yagenewe. Abajejwe intwaro nabo ko borabira hagufi ikoreshwa ry’iyo misegetera
kuko bamwe baca bayikoresha mu bindi bikorwa”. Ku bijanye no kugwanya
ikiza ca Ebola n’indwara zidakira, Umushikiranganji w’amagara y’abantu
yamenyesheje ko ku mipaka y’Uburundi na Kongo hubatswe uburere 21 bujejwe
gupima ingenzi zose zinjiye mu Burundi zivuye muri Kongo. Harubatswe ku
Mudugudu ikigo gikwije amategeko mu kuvura uwo wese yofatwa n’iyo ndwara. Ikibanza
c’isuzumiro “Laboratoire” co mu kigo c’ubuvuzi INSP cararonkejwe
ibikoresho, barashobora gupima iyo ngwara. Avugako habaye isekeza ryo gupima
indwara y’igisukara n’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso ku bantu 5000. Amenyeshako
abantu 100 bagwaye indwara y’igisukari bararonkejwe inyigisho. Abagendana
ubumuga bwo kutumva 473 bakaba bararonkejwe udukoresho tubafasha gusubira
kwumva. Mu bijanye no
gushigikira amavuriro, Ndikumana avugako Ubushikiranganji arongoye bwatanze
rusehabaniha 16 mu burere bw’ubuvuzi n’ibitaro vyo mu ntara za Makamba,
Cibitoke na Muyinga. Hatanzwe imodoka 25 mu burere bw’ubuvuzi hamwe
n’amapikipiki 290 yo kwunganira abashinzwe igikorwa c’isuku mu mavuriro. Abaremeshakiyago
ibihumbi 7 307 bahurikiye mu mashirahamwe mu burere bw’ubuvuzi 25
bararonkejwe ibikoresho vyo kubatera intege mu mirimo yabo yo kwigisha no
kujijura abanyagihugu ngo bafate ingendo nziza yo guteza imbere amagara
y’abantu. Mwomenya ko mu kugwanya
ikiza ca Ebola, Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buzobandanya gupima
ingenzi zose zinjiye mu gihugu mu burere 21 buhana urubibe n’igihugu kibanyi
giharanira intwaro rusangi ya Kongo no ku kibuga c’indege.
Ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru burashima ibikorwa vyaranguwe n’urunani rw’abamenyeshamakuru ku musi w’amatora
Mw’itangazo bwasize ahabona kuri uyu wa kane igenekerezo rya 4 Ruheshi, ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru n’ibimenyeshamakuru burashima ibikorwa n’inyifato vyaranze abamenyeshamakuru mu matora yo kuwa 20 Rusama mu gihugu cose. Ubwo bushikiranganji busaba abamenyeshamakuru kubandanya batanga amakuru n’ibiganiro bifasha kunywanisha abahiganwe bose hatisunzwe ivyavuye mu matora bongere birinde gutanga inkuru zitatohojwe neza Mw’ijambo yashikirije, Nahimana Frédéric, umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru n’ibinyamakuru yashimiye cane abamenyeshamakuru bakurikiranye amatora yo kuwa 20 Rusama mu gihugu cose. Nahimana yamenyesheje ko abamenyeshamakuru babaye ikiraro gihuza abatora, abitoza, abanyepolitike n’abajejwe gutunganya amatora, bongera bakorana neza n’abandi bose bari bajejwe ibikorwa bitandunkanye bijanye n’amatora. Yashikirije ko abamenyeshamakuru bakwirikiranye amatora bubahirije amategeko n’impanuro bahawe bongera baritangira bidasanzwe igikorwa bari bashinzwe. Nahimana yasiguye ko inganda n’umwiherero batunganije ku bamenyeshamakuru bitabaye impfagusa. Ati: « Umunyeshure w’ubwenge si uwumva gusa ivyigwa akabifata ariko ni uwubitahura agatako akarema ubuhinga bwo kubishira mu ngiro ». Nahimana yasiguye ko abamenyeshamakuru bubahirije amategeko n’akarangamutima bigenga umwuga bakora kandi ko bitanze batiziganya mu kumara amajoro abiri n’imirāngo itatu bikwirikira batagohetse, bagakora n’ikiringo kirenze icari gitegekanijwe. N’aho abamenyeshamakuru bakorera ibimenyeshamakuru bitandukanye kandi bifise intumbero zidasa, Nahimana yasiguye ko mu matora bakoze buzuzanya, basenyera ku mugozi umwe mu runani. Ati: « Mwariteye iteka muryambika n’igihugu cabibarutse mu gihe ibindi binyamakuru bimwebimwe vyo hanze vyariko bitangaza abatsinze amatora ataraba, birema ibinyoma n’ibihuha vy’ingwano mu bonse rimwe ». Nahimana asaba abamenyeshamakuru kubandanya batanga amakuru n’ibiganiro bifasha kunywanisha abahiganywe bose bataravye ivyavuye mu matora kuko bose ari abarundi basangiye gupfa no gukira. Umushikiranganji Nahimana aragabisha ibimenyeshamakuru bitisunga amategeko n’akaramutima Umushikiranganji Nahimana yaragabisha ibimenyeshamakuru, amaradiyo n’imboneshakure zimwezimwe na canecane bikorera ku buhinga bwa none kwisunga amategeko n’akaramutima mu gutanga inkuru z’ibihuha. Abasaba gusuzuma neza amasoko y’inkuru batanga kugira ntibagwe mu mutego wo gukwiragiza ibihuha. Ku bijanye n’ikibazo c’uko abamenyeshamakuru batemerewe kwinjira aho baharurira amajwi ku musi w’amatora, umushikiranganji Nahimana yashikirije ko umwe wese yarafise igikorwa ciwe ajejwe ariko ko vyose babikora buzuzanya. N’ayo ku bijanye no kubuzwa gutangaza ibitigiri bivuye mu matora, Nahimana yasiguye ko abamenyeshamakuru batabujijwe kuvuga uko amatora ariko aragenda ariko ko babujijwe kuvuga ibitigiri vyo mu kazu k’itora kamwekamwe kuko ata nsiguro ikwiye iyo nkuru iba ifise.
Umurwi CVR uhamagarira abanyamarangara kwerekana ahari ibinogo rusangi vyose
Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Ruheshi, umurwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi watanguje ibikorwa vyo kuzura ibisigarira vy’abantu bahambwe mu kinogo rusangi ku mutumba wa Burenge, komine Marangara mu ntara ya Ngozi. Ico kinogo kikaba catawemwo abantu bishwe mu kwezi kwa Myandagaro mu 1988. Umurwi CVR ukaba uhamagarira abanyaburenga kwerekana ahandi hari ibinogo rusangi bazi Komiseri Ninziza Clément-Noé, icegera c’uwurongoye umurwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR yamenyesheje ko ku makuru bamaze kuronka kuri uwo mutumba hari ibinogo rusangi birenga bitandatu bitaremezwa, muri komine Marangara hari ibirenga 60 hamwe n’ibinogo birenga 300 mu ntara ya Ngozi. Komiseri Ninziza amenyesha ko ku mutumba wa Burenge hamaze kwemezwa ikinogo rusangi kimwe catawemwo abantu mu bwicanyi bwakozwe mu kwezi kwa Myandagaro 1988. Ninziza asigura ko iyo ikinogo gitowe kikemezwa aba ari ikimenyetso ntabesha cerekana ko aho hantu hakozwe ubwicanyi. Ninziza amenyesha ko ari vyiza ko abana bariko bararuka bakura bazi ibikomere vyabaye ku mutumba, muri komine no mu ntara kugira bazitirire ako kabi kabishe ntikazosubire kuba. Albert Nduwayo, Buramatari w’intara ya Ngozi amenyesha ko intara arongoye iri mu ntara zirimwo ibinogo rusangi vyinshi. Asaba ababa ku mutumba wa Burenge kudacibwa intege n’ivyo bikorwa gusumba uko bari bazicitse bikiba. We asigura ko ubwo bwicanyi bwakozwe mu kwezi kwa Myandagaro mu 1988. Nduwayo asaba abanyengozi kuhakura icigwa kibigisha ko agateka k’umuntu kadaherana n’umusi, indwi canke umwaka. Agira ati: « Nta mvo n’imwe yaba politike, idini canke ishirahamwe umuntu yofatirako mu guhungabanya agateka ka kiremwa muntu ». Ni kuri iyo mvo Buramatari Nduwayo yasavye abanyaburenga kugira umuziro kwica, kutagira ibigumbagumba hamwe no kutagirizanya ku vyabaye. Yishimikije umugani uvuga ko ukuri gufukwa ariko kudafubwa, Buramatari Nduwayo yasavye abanyengozi boba bazi ahari ibinogo rusangi kuvyerekana mu ntumbero yo kwerekana ukuri ku vyabaye. Ntaconsanze Emmanuel, Musitanteri wa komine Marangara yamenyesheje ko ico kinogo rusangi cabonetse mu gihe hariko harimbwa umushinge w’inzu y’amanama bashaka kwubaka iruhande y’ivuriro rya Murehe riri ku mutumba wa Burenge. Musitanteri wa komine Marangara yamenyesheje ko ku mutumba wa Muramba hari ikinogo giheruka gutorwa n’abariko barataba ikibanza co kwubakamwo inzu. Musitanteri Ntaconsanze yashikirije ko inyuma y’amabi yabaye mu 1988 abantu biyakiriye, barunga ubumwe kandi ko babanye mu mahoro. Umwe mu bacitse kw’icumu aba ku mutumba wa Rubamba yamenyesheje ko ubwo bwicanyi bwokozwe afise imyaka 32. Ngo yarafise kandi abana batanu. Asigura ko abasoda baje bamusaba ivyangombwa. We yatanze karangamuntu n’ikarata yo gutanga amaroso kumbe bamwatse amafaranga. Inyuma yo gutanga ayo mafaranga yasiguye ko bamubajije umugambwe arimwo nawe ati: « Uprona » baca bamusaba kwica imfura yiwe aravyanka. Yasiguye ko abana 5 baciye babica nawe bamuca ukuboko kw’iburyo, bamutema n’umupanga kw’izosi bongera bamucumita imbugita 4 ariko ko ataciye acikana. We yasiguye ko haheze imisi mikeye yaciye aherekezwa n’umugore ku bitaro vy’i Kiremba aho yafashwe mu nzira akabesha ko avuka muri komine Vumbi, agwaye malaria ko agiye kwivuza ku bitaro vy’i Kiremba. Yasiguye ko aho hose yari yipfutse urukwembe mu mutwe ukuboko kuri mu mufuko. We ashikiriza ko azi ibinogo vyinshi birimwo abantu atari bake. Uwundi yacitse kw’icumu asigura ko ubwicanyi bwakozwe n’abasoda aho begeranya abantu bagaca babica babatemaguza imipanga abandi bakabacumitisha imbugita zari ku nkoho uwirutse bakamurasa. Yamenyesheje ko mu murwi yarimwo harokotse abantu bane gusa. Asigura ko ku muhana bacako bagenda barasaba imipanga ariyo bagarutse bicisha abantu.
Bujumbura: Abigisha 2 bagirizwa gufata ku nguvu abana bigisha bari mu minwe y’igiporisi
Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 29 Rusama 2020, OPP2 Nkurunziza Moïse, icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano  yerekanye abigisha babiri ari bo  Ndabarushima Jean Claude na  Barutwanayo Eric bagirizwa gufata ku nguvu abana b’abigeme babiri bari basanzwe bigisha. Muri abo bana hakaba hari umwana w’imyaka 8 wo kw’ishure «  Maternelle Catholique de Ngagara II “. Nk’uko bishikirizwa na Nkurunziza Moïse, Ndabarushimana Jean Claude, umukutsakivi kw’ishure ry’inyuma y’ishure nshingiro” Lycée du lac Tanganyika” hamwe na Barutwanayo Éric, umwigisha kuri ” Ecole maternelle Catholique de Ngagara II ” bafashwe n’igipolisi ku wa 27 rusama nyuma yo guhabwa amakuru na bamwe mubajejwe indero mu gisagara ca Bujumbura hanwe n’abavyeyi b’umwana 8 yononywe. Nk’uko vya komejwe bishikirizwa n’icegerac’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, uwo mukutsakivi wo kuri Lycée du Lac Tanganyika yatanguye yandikira ubutumwa bugufi bwo kuri terefone umwe mu barerwa bo mu mwaka wa gatatu w’inyuma y’ishure nshingiro yigisha amusaba ko baryamana. Akamubwira ko atemeye ko baryamana atazomenya mw’ishure. Uwo murerwa nawe akamwankira. Nkurunziza Moïse abandanya asigura ko kugira ngo ashike ku ntumbero yiwe, Ndabarushimana Jean Claude yahavuye yigira inama yo kumushira muri bamwe bagize komite y’urubanza rwiwe rw’ubugeni butegekanijwe kuwa 04 Mukakaro 2020.  Niho rero kuwa  15 Rusama 2020, uwo mukutsakivi yabwira uwo mukobwa ko hategekanijwe inama y’urubanza. Niho yagenda ngo agiye mur’iyo nama, ashitse ahava afatwa ku nguvu kuko yahenzwe ngo hari inama kandi atayaririho. Amaze gugufatwa ku nguvu yahavuye yiganira umwe mu barezi biwe ivyamubayeko. Uwo murezi yaciye abimenyesha umuyobozi w’iryo shure, nawe acabimenyesha inyamiramabi. Barutwanayo Éric nawe yafashe ku nguvu umwana w’imyaka 8 yigisha mu mwaka wa kabiri w’abimenyereza kw’ishure «  Maternelle Catholique de Ngagara II ». Nyuma y’ivyigwa vyogutsimbataza(Renforcement) niho yahendahenda ico kibondo acinziza mu kirasi kigaragara maze akigokako. Nyuma yogutaha, ico kibondo cahavuye ciganira abavyeyi ivyamushikiye. Abavyeyi bahavuye bitura igiporisi maze iyo nkoziyikibi itabwa mu mvuto.  Nyuma yo kubazwa n’igiporisi, abo bagirizwa gufata ku nguvu abana bakaba bemera icaha bagirizwa. Nkurunziza Moïse yibutsa ko uwagirwa gufata ku nguvu umwana ari hagati y’imyaka 14 na 18 ahanishwa umunyororo  w’imyaka 15 n’iyirenga hamwe n’ihadabu riri hagati y’amafaranga y’amarundi angana  50 000 na 200 000.  Nayo uwufashe  ku nguvu umwana ari munsi y’imyaka 12 ahanishwa umunyororo woguherayo.
Imiryango yahuye n’imyuzurira muri zone Gatumba ishikiriza ko yugarijwe n’ingorane nyinshi
Imiryango irenga amajana atandatu yo muri zone Gatumba, komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura yahuye n’imyuzurira iturutse ku ruzi Rusizi n’amazi y’ikiyaga Tanganyika, yegeranirijwe mu kigwati ca kigaramango yugarijwe n’ubukene bw’umurengera. Iyo miryango isaba abagiraneza n’abajejwe intwaro kubagarukirako kugira bashobore gusubira mu mihana iwabo. N’ayo abakenyezi bidoga ko ingo zabo zizohava zisambuka kubera bataronka umwanya wo kubonana n’abagabo babo kubw’ubuzima babayemwo Haraheze ikiringo cababa ukwezi n’inusu amazi y’uruzi Rusizi afadikanije n’ay’ikiyaga Tanganyika yiyongereye ku rugero runini, ateye mu makaritiye amwamwe ya zone Gatumba, komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura. Ayo mazi yateye mu makariye ya Mushasha ya I n’iya II, Muyange ya I n’iya II, Gaharawe hamwe n’imitumba ya kinyinya ya I n’iya II. Muri ayo makaritiye, inzu zimwe zabomaguritse izindi zuzuramwo amazi ndetse n’ibikorwa bimwebimwe birahagarara bituma bamwe bata baromoka. Muri ayo makaritiye ubuzima busa n’ubwahagaze kuko urudandazwa rudakorwa neza kandi abarimyi basubije amasuka mu busongero bw’inzu, abanyeshure nabo bamwe barahevye amashure kuko ibikoresho n’imyambaro y’ishure vyatwawe n’iyo myuzurira. Uko karitiye ya Mushasha ya I n’iya II zifashe Winjiye muri ayo makaritiye uhasanga abantu baje bava mu bigwati bitandukanye baje kuraba ko amazi yoba yarakamye kugira basubire mu ngo zabo. N’aho hari ahakiri ibidengeri vy’amazi, abadandaza mu mabutike amwamwe barasubiye kwugurura kandi ku mabarabara uhasanga utumeza bandako ivyamwa nk’imicungwe na mandarine. Abo badandaza bamenyesha ko uruhombo ari runini kuva iyo myuzurira itera kuko ibidandazwa bishobora kumara ukwezi kurenga bitaragurwa. Bo basigura ko ubu mu kwezi kwose bunguka amafaranga ari hagati y’ibihumbi 50 000 n’ibihumbi 100 000, mu gihe ubwa mbere bunguka hagati y’ibihumbi amajana 300 000 n’ibihumbi amajana 500 000 ku kwezi, bigatuma badashobora kwikenura mu vyo bakenera mu buzima bwa misi yose. Inyuma y’imyuzurira yateye mu makaritiye yo muri zone Gatumba, abahuye n’imyuzurira begeranijwe mu masite ya Kinyinya ya II, Maramvya na Kigaramango. Abanyagihugu baba muri ivyo bigwati bahanzwe ahanini n’ibibazo vyo kubura ivyo gufungura, uburaro, aho bivuriza, ubwiherero n’ubwogero. Ubukene bw’utuzu twa surwumwe n’ubwogero Mu kigwati ca Kigaramango, abahaba bemeza ko bafise ikibazo co kubura ubuzu bwa surwumwe kuko abantu bashika ibihumbi 6 700 basangiye ubwiherero 4 gusa, ni ukuvuga ko abantu 1675 basangira akazu ka surwumwe. Bo bashikiriza ko ingorane zikunda kwibonekeza mu bucagucagu aho benshi bavyuka bashaka kuja kwiherera no kwiyoga. Kubera igitigiri c’umurengera, ababa muri ico kigwati bafise ubwoba bwo kugwara ingwara ziturutse kw’isuku rike kuko hageze kwiherera bamwe bahitamwo kuja kwiherera mw’ishamba ryegereye ico kigwati abandi bakimba utunogo dutoduto bihereramwo hagati y’utuzu babamwo. Abahuye n’imyuzurira yo mu Gatumba basaba Leta n’abagiraneza kubagarukirako mu kubaronsa amahema kugira bagende gucumbika mu bibanza vyabo kuko ubuzima bwo mu kigwati butoroshe na gato. Twobibutsa ko imvura yatumye ayo.mazu atwarwa yaguye mw’ijoro ryo ku wa 19 rishira uwa 20 Ndamukiza 2020.
Abakenyezi  bo muri site ya Kigaramango bavuga ko bugarijwe n’ubukene bw’ibikoresho bibafasha bari mu butinyanka
Mu gihe kw’igenekerezo rya 28 Rusama uko umwaka utashe amakungu ahimbaza umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe isuku mu gihe c’ubutinyanka, abakenyezi n’abigeme baba muri site ya Kigaramango barahanzwe n’ubukene bw’ibikoresho bibafasha bari mu butinyanka. Benshi bavuga ko bifashisha udutambara tuva ku mpuzu zaheze abandi bagakoresha udutambara batoragura ku bashona impuzu. Bo babona ko bashobora kwandura ingwara ziturutse kw’isuku rike kuko batoga bikwiye kubera ubukene bw’ubwogero, abandi  babona ko ingo zabo zizohava sisambuka kubera kutabonana n’abagabo babo Mu gihe bwaca amakungu ahimbaza umusi wahariwe isuku mu gihe c’ubutinyanka, Ikinyamakuru EjoHeza News caraganiriye n’abakenyezi baba muri site Kigaramango. Bamwe mu bakenyezi twaganiriye batumenyesheje ko isuku ari ntasubirizwa ku mwigeme n’umukenyezi. Mu gihe muri iyo site harangwa ikibazo c’isuku rike, abakenyezi bemeza ko bashobora kumara imisi 2 canke 3 batoze. Abo bakenyezi basigura ko bitaborohera kugira isuku mu gihe c’ubutinyanka kuko bataronka ibikoresho vyabigenewe bakoresha kandi ko batoga neza nk’uko vyategerezwa. Bamenyesha ko uwo bikundiye avyuka kwoga mu gicugu hagati kuko abantu bose baba basinziriye, ariko ko n’aho nyene bagira ubwoba ko hari abohava babona ubwambure bwabo. Abo bakenyezi basigura ko kubera ubukene barimwo bataronka amafaranga yo kugura ibikoresho bakoresha bari mu butinyanka kuko ibizimbutse bigurwa amafaranga y’amarundi 2000. Kuri iyo mvo, bamwe muri bo basigura ko bifashisha udutambara tw’impuzu zaheze canke ivyahi babindisha abana abandi bagakoresha udutambara batoragura ku bashona impuzu. Bo bemeza ko bitaborohera kuko hari abo usanga ubutinyanka bwarengeye utwo dutambara bukibonekeza ku mpuzu zo hujuru bambaye. Ati: “Turagira ikibazo gikomeye mu butinyanka. Kenshi twifashisha udutambara tubindisha abana canke udutambara twavuye ku bitenge canke amapantaro y’abagabo yaheze. Haraho utwo dutambara turengerwa bigashika ku mpuzu zo hejuru twambaye. Turamaramara cane kuko abantu bakuze baca bamenye ibihe turimwo“. Umwe mu bigeme asigura ko bimutera isoni imbere y’abavyeyi iyo ubutinyanka bwarengeye udutambara yakoresheje bukaboneka ku mpuzu yo hejuru yambaye. Uwo mwigeme asigura ko bashobora kwandura n’ingwara zitari nke zifatira mu bihimba vy’irondoka biturutse kuri utwo dutambara bakoresha kuko tuba tudafise isuku rikwiye kandi ko bataronka aho batwanikira ngo twume neza kuko aritwo bagaruka bagakoresha mu kundi kwezi. Abo bakenyezi basaba abagiraneza n’abandi bose babishoboye kubagarukirako mu kubaronsa utwo dukoresho kugira amagara yabo agume yifashe neza kandi babeho bafise iteke nk’abandi bakenyezi. Hambavu y’ikibazo c’isuku, abakenyezi bo muri site Kigaramango bafise ikibazo co kutabonana n’abagabo babo kubera ubuzima babayemwo. Bamwe muri bo bafise ubwoba ko ingo zabo zizohava zisambuka kuko bataronka umwanya wo kurangura amabanga y’abubatse n’abagabo babo kubera baba mu tuzu tutagira ivyumba, abavyeyi n’abana barara hamwe. Umukenyezi w’abana bane ati: « N’aho woba ufise igishika co kubonana n’umugabo wawe, ntiwovyubahuka uryamanye n’abana baciye ubwenge kandi ata na hamwe uri bubarungike“. We asigura ko abana bamwe usanga baryamye abandi baguma bazunguruka mu nzu canke hampande yayo. Uwo mukenyezi yemeza ko muri ico gihe abubakanye badashobora kwegerana kuko bohava bamena ibanga. We asigura ko iyo abana bakuze babonye ko abavyeyi batanguye kwegerana baca bahava ariko ko ari abana b’imyaka iri hagati ya 5 na 14 babonye mwegeranye baca bababaza igituma mwegeranye. We abona ko kubera ukubura umwanya wo kubonana n’abagabo babo kandi bikenewe bishobora gutuma ingo zimwe zisambuka kuko hari abagabo baca baja kubonana n’abakenyezi canke abigeme bo hanze y’ico kigwati. Abo bakenyezi basaba kugarukirwako kugira basubire mu miryango iwabo gutyo bashobore kwitunganya neza ku mubiri bongere batunganirize neza abagabo babo kugira ingo zabo ntizisambuke. Mwomenya ko izo ngorane zose zatewe n’imyuzurira yaturutse ku mazi y’uruzi Rusizi hamwe n’ay’ikiyaga Tanganyika yiyongereye ku rugero runini kubera imvura yaguye mw’ijoro ryo kuwa 19 rishira uwa 20 Ndamukiza 2020.
Abungere b’Ekereziya gatorika mu Burundi basaba abanyeporitike bumva ko barenganijwe kwitura ubutungane
Mw’itangazo basohoye kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 26 Rusama 2020, Inama Nkuru y’Abepisikopi Gatorika mu Burundi yamenyesheje ko muri rusangi amatora yo kuwa 20 Rusama 2020 yagenze neza. Bakanegura ko yaranzwe n’utunenge tutari duke mu bijanye n’umwidegemvyo w’abatora, gukorera mu muco kw’abahagarikiye amatora hamwe no gufata kumwe abitoza n’abatora, ari vyo bimwe mu bituma amatora aranguka nk’uko bibereye mu ntwaro rusangi Muri iryo tangazo, Abepisikopi begukira Ekereziya Gatorika mu Burundi bamenyesha ko mu matora nyabutatu yo kuwa 20 Rusama bari barungitse mu gihugu cose abarorerezi bangana n’ibihumbi 2 716 nk’uko bari bavyiyemeje. N’aho ico gitigiri ari gito ugereranije n’ic’ibiro vy’itora mu gihugu cose, abo bepisikopi basigura ko abo barorerezi bashitse mu makomine yose, baracagura ibiro vy’amatora bimwe barabirako. Bisunze ivyegeranyo mfatakibanza vyatanzwe n’abo barorerezi ku vyo biboneye, Abepisikopi Gatorika bo mu Burundi bamenyesha ko muri rusangi amatora yabaye mu mutekano n’aho hamwehamwe yaranzwe n’utunenge tutari duke mu kutubahiriza umwidegemvyo w’abatora, gukorera mu muco kw’abahagarikiye amatora hamwe no gufata kumwe abitoza n’abatora, bimwe mu bituma amatora aranguka nk’uko bibereye mu ntwaro rusangi. Tumwe mu tunenge twibonekeje ku musi w’amatora           Inama Nkuru y’Abepisikopi gatorika mu Burundi imenyesha ko ku musi w’amatora hibonekeje uguhata abaserukiye abitoza mw’icungerwa ry’amatora ngo basinye ku mpapuro z’ivyegeranyo vy’ivyavuye mu matora ayo matora ataraba maze zibanze zuzuzwe, amasandugu y’itora amwamwe yujujwe amajwi amatora ataraba, ugutorera abantu bapfuye canke abahunze, ukwemera impusha zo gutorera abantu benshi kandi bene izo mpusha zitari zirekuwe, abantu bamwe batoye bisubiriza ku mabiro y’itora amwamwe, ukwirukana abaserukira abitoza n’abarorerezi mu gihe co guharura amajwi, iterabwoba ryagizwe n’abajejwe intwaro kandi bamwe bahatira abantu gutora nk’uko bashaka gushika n’aho babakurikirana   no mu bwiherero bw’itora. Bashikiriza kandi ko habaye ukwinjira kw’abantu batabirekuriwe n’amategeko mu bibanza vyaharurirwamwo amajwi, ugutora mw’ibanga kutubahirijwe hamwehamwe hamwe n’ukwaka abarorerezi bamwebamwe impusha zabo n’amaterefone. Kuri iyo mvo, abo bepisikopi bibazo ko utwo tunenge tudashobora kugira igihinduka ku biharuro bizoshikirizwa ko vyavuye mu matora. Abungere b’Ekereziya gatorika mu Burundi basaba abanyepolitike bumva ko barenganijwe kwitura ubutungane kugira bubatunganirize neza. Mu gihe itegeko rigenga amatora ryarekurira abitoza benshi kwiyamamaza, abo bungere bibutsa ko umunyagihugu wese yarafise uburenganzira bwo kwerekana aho ahagaze mu kwitorera indongozi ashaka. Ni muri iyo ntumbero abo Bungere basaba abajejwe intwaro guhana abo bose bariko baratoteza abo babana babahora ko berekanye ko badahuje n’abo aho bahagaze muri poritike bongere bateshe n’aboba bashaka kubigira. Abo Bungere bahamagarira abarundi n’ababa mu Burundi bose kuguma batekanye bongere bizere Umukama we musa aganza ibihe. Mwomenya ko iryo tangazo ryasohowe na Musenyeri Ntahondereye Yohakimu, Musenyeri wa Diyoseze Muyinga akaba ari nawe arongoye inama nkuru y’abapisikopi gatorika mu Burundi CECAB; Musenyeri Nahimana Bonavantura wa Diyoseze Rutana akaba n’icegera c’uwurongoye iyo nama; Musenyeri Ntamwana Simoni wa Diyoseze nkuru ya Gitega; Musenyeri Banshimiyubusa Gerevazi wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura; Musenyeri Ntagwarara Yohani wa Diyoseze ya Bubanza; Musenyeri Bizimana Joriji wa Diyoseze ya Ngozi; Musenyeri Niciteretse Saruvatori wa Diyoseze ya Bururi na Musenyeri Nayabandi Tarasisi, icegera ca Musenyeri wa Diyoseze ya Ruyigi.
Nsanzemage Denise niwe  yatorewe kurongora imvukira z’intara ya cibitoke ziba mu mahanga
Umukenyezi Nsanzemage Denise niwe yatorewe kurongora ishirahamwe CDN (Cibitoke Diaspora Network) rihurikiyemwo imvukira zivuka mu Cibitoke ziba mu mahanga. Akaba agiye kurongora iryo shirahamwe mu kiringo c’imyaka ibiri. Uwo mukenyezi   akoreye mu ngata umushingantahe Kikonjo Yohani Petero aba mu gihugu ca Canada Nsanzemage Denise afise urupapuro rw’umutsindo rwa Dogitora( PhD) mu bijanye n’Indero. Akaba  asanzwe aba mu Butaliyano. Ishirahamwe ry’imvukira z’intara ya Cibitoke ziba mu mahanga zikaba zimaze gufasha guteza imbere intara yabo aho zimaze gushinga insamirizi(Cibit. Hamwe n’iyindi migambi iriko irarangurwa. Yozefu Iteriteka,bBuramatari w’Intara ya Cibitoke akaba yarafashije bishimishije kugira ico gikorwa gikunde. Yafeti Legentil Ndayishimiye, umukuru w’abarundi baba mu mahanga akaba ahejeje gukeza imvukira za Cibitoke zose kuri ivyo bikorwa bariko bararangura, na cane cane ko baraye bahaye icizere umukenyezi ngo abe ariwe abarongora.
Abarondera  amakarata y’itora baridogera imirwi CECI yo mu gisagara ca Bujumbura
Mu gihe  hasigaye umunsi umwe kugira ngo ikiringo giherutse  kwongerezwa  n’umurwi CENI co gutora amakarata y’itora kirangire, mu gisagara ca Bujumbura haracibonekeza imiringo miremire yabarondera ayo makarata mashasha. N’ayo makarata nyene biribonekeza kwakiri menshi. Abo twasanze aho  twagiye turaca hano mu gisagara ku muhingamo w’uyu wa mbere igenekerezo rya 11 Rusama 2020 basaba ko hokongerezwa ikiringo co   kuroronswa ayo makarata kuko ngo gutora ari uburenganzira bwa zina muntu wese. Aho abamenyeshamakuru ba Ejoheza News baciye nko ku biro vya CECI Mukaza biri kw’ibararabara rya kane ahakorera zone Bwiza, abantu bari benshi. Bamwe bari batonze ku mirongo buri zone. Abandi na bo bagandagaje irya n’ino. Habonima Jean Claude, umwe umunyeshure wo  muri Kaminuza y’uburundi twahasanze ahejeje gutora ikarata yiwe avuga ko ayironse nyuma y’imisi ibiri ayitondeye. Ngo umusi wa mbere yaje hari  kw’igenekerezo rya 8 Rusama 2020, ico gihe ngo yarinze ataha i muhira atayitahukanye kuko ntiyashikiriwe kubera ubwinshi  bw’abantu. Uwo munyeshure yasiguye ko igihe ayo makarata mashasha yatangura gutangwa ubwa mbere, iy’iwe barayirondeye barayibura. Nyuma baheza atararonka uwundi mwanya wogusubirayo kuko ngo yari mu bibazo vya Kaminuza vyokurangiza umwaka.  Habonima Jean Claude aranegura ko kumara iminsi ibiri ata karata araronka ngo vyavuye ahanini kukutubahiriza amasaha kw’abakozi ba CECI Mukaza. Asigura ko yisunze  ikirangamwanya  camanitswe n’uwo murwi   cerekana ko batangura gutanga ayo makarata kuva igihe c’isaha zibiri z’igitondo ariko ngo kenshi batangura akazi hagati y’isaha zine na zitanu z’agatondo. Abandi nabo batashimye kuvugira ku mamikoro yacu bavuga ko baravye amakarata ataratangwa bigoye kwemeza ko ikiringo catanzwe na CENI ko kizohera ayo makarata yaheze gutangwa yose. Basaba ko mu gihe ko CENI yobareka bakabandanya batora ayo makarata gushika iyi ndwi ihere. Tuvuye aho twabandanirije ku biro vya CECI Ntahangwa. Nk’uko twavyiboneye naho nyene abantu bari benshi. Naho nyene hari bamwe bavuga ko bamaze kuza incuro zitatu bagataha badatahanye amakarata. Inamahoro sandirine, umukenyezi yemeye kuvugira kuri mikoro yacu agira ati : « Uyu musi ugize gatatu ntonda sindayitahukane ». Tumubajije igituma atayitahukana avuga ko abatonda aba ari benshi ku buryo adashobora kumara umunsi wose atondeye iyo karata kuko asigura ko  afise ibindi bikorwa. Nubwo hari abantu benshi bakeneye ayo makarata, muri CECI Ntahangwa nk’uko twavyiboneye hari abantu batari bake bagerageza guhamagara kuri ayo makarata bisunze amazone na makaritiye. Uwumvise izina ryiwe araheza akerekana ibimuranga arivyo yakarata y’itora ya mbere canke karangamuntu nyuma bagaheza bakamuronsa iyo yindi. Twagerageje kurondera abarongoye ama CECI ngo batubwire aho bagejeje igikorwa mu gutanga ayo makarata bagereranije n’ibitigiri vyabari batatoye ayo makarata turabakena. Abatanga ayo makarata nabo batumenyesha ko ataburenganzira bafise bwo gutanga amakuru. Mwomenya ko ikiringo cogutanga ayo makarata kizosozerwa kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 12 Rusama 2020 nk’uko vyari vyatangajwe n’umurwi CENI.
Abanyeporitike basabwa kutinyegeza inyuma y’amatora kuko vyohava bibagora mu nyuma
Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 10 Rusama, umukandida w’umugambwe CNDD-FDD Ndayishimiye Varisito yifatanije n’abakirisu bo muri paruwase Nyanza-Lac mu nkuka ya misa yaherejwe n’umwungere mushasha wa Diyoseze ya Bururi, Niciteretse Saruvatori. Akaba yararamutse yugurura ingendo zo kugendera amaparuwase agize iyo diyoseze. Mu nsiguro yiwe yasavye abanyepolitike kutinyegeza inyuma y’amatora kuko vyohava bisubiza uburundi mu kaga. Inyuma y’aho umukandida wa CNDD-FDD yaciye yifatanya n’abakristo bo mw’isengero rya Pantekoti aho abungere bahurikiye mw’ishirahamwe y’amasengero ya Pantekoti mu Burundi bamuhaye akaganuke k’igitabo c’ijambo ry’Imana “Bibiriya” nk’inyobozo y’ibikorwa arimwo Mu nsiguro yatanze, musenyeri wa Diyoseze ya Bururi Niciteretse Saruvatori yashimikiye ahanini ku nyifato umukristu abwirizwa kugira imbere, hagati canke inyuma y’amatora. Musenyiri Niciteretse yibukije abakristu ba paruwasi Nyanza-Lac ko gutora ari igikorwa ngombwa ku muntu wese yemera Imana kuko afise uburenganzira bwo kugira uruhara mw’ishirwaho ry’inzego z’igihugu. Ati: “Umuntu wese akwije ibisabwa n’amategeko arafise uburenganzira bwo gutora. Vyongeye, umuntu wese abwirizwa kwubahirizwa mu biringo vy’amatora”. Musenyeri Niciteretse yabibukije kandi ko igihe c’imbere y’amatora ku mukristu ari igihe co kurimbura imigabo n’imigambi y’abiyamamaza kandi ko atora kugira ashigikire ukwikukira kw’igihugu c’uburundi. Yibukije abanyepolitike n’abarundi bose ko babwirizwa gutahura ko umuntu adashobora kuvuga rumwe na bose, ariko ko yokoresha imvugo y’ukuri kandi yubahiriza abandi.Musenyeri Niciteretse yibukije kandi abanyepolitike bose ko umuntu ariwe shingiro ry’inzego za politike n’ubuzima bw’igihugu, kandi ko aza imbere y’inzego zose. We asigura ko ata matora meza na demokarasi vyotsimbatara ubuzima bwa kiremwa muntu butubahirijwe. Niyo mpamvu musenyeri Niciteretse yasavye abanyepolitike kutinyegeza inyuma y’amatora mu ntumbero yo kurondera amatati mu gihugu kuko vyohava bisubiza uburundi mu kabi kabishe. Ati: “Uwitoza ntatyoza abandi kandi yokwitondera imigambi azoshikiriza abarundi yisunze ivyo bakeneye. Vyongeye, umunyepolitike wese ntiyinyegeze inyuma y’amatora kuko vyohava bisubiza uburundi mu kabi kabishe kandi twari tugeze ku ntambwe iteye igomwe mu kubumbatira amahoro n’umutekano”.Musenyeri Niciteretse yasavye abarundi kwihanganirana mu bijanye na politike kuko inyuma y’amatora ubuzima burabandanya. Yasavye kandi abatware gukingira bose maze uwutora atore ikiri ku mutima. Ati: ” Umubano urabandanya inyuma y’amatora. Rero, abantu nibabane neza mu butandukane bwabo bongere bashire imbere ineza. Abatware nabo nibakingire abo barongoye maze batore ikiri ku mutima”. Inyuma y’inkuka ya misi, umunyamabanga w’umugambwe CNDD FDD akaba n’umukandida w’uwo mugambwe mw’itora ry’umukuru w’igihugu, aherekejwe n’umukuru w’Inama Nkenguzamateka bagendeye abakristo bo mw’isengero rya Pantekoti mu ntara ya Makamba mu ntumbero yo kubahoza ku mwungere mukuru baheruka kubura azwi kw’izina rya Kidebuye Jonathan. Mw’ijambo yashikirije abaraho, yavuze ko amahoro uburundi burimwo atavuye ku muntu ahubwo ko Imana ariyo yabikoze. Ndayishimiye yasiguye ko ariyo mpamvu Imana bayihaye ikibanza ca mbere mu gihugu. Abungere barongoye ishirahamwe ry’amasengero ya pantekoti mu Burundi CEPEBU bakaba bagabiye umunyamabanga w’umugambwe CNDD FDD bibiliya yera nk’inyobozo itazimiza bo bise “firizone bose bonkako”.Mwomenya ko inyuma y’umutaga, umukandida Ndayishimiye yabandanirije ibikorwa vyo kwiyamamaza ku mutumba wa Buheka muri zone Kazirabageni; komine Nyanza-Lac y’intara ya Makamba. Ndayishimiye akaba yemereye abanyabuheka gutegurira hamwe imigambi y’iterambere mu kubaronsa amatara hamwe no kugwiza igiterwa njabukamazi ca Pachuri kibana n’ibigazi mu ntumbero yo kugwanya ubukene.
« Umugambwe CNDD-FDD uzoteza imbere igisata c’amabarabara »
Ku munsi wa 10 w’imyiyamamazo, umugambwe CNDD-FDD watunganije kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 6 Rusama muri komine Cankuzo ihwaniro ry’intara za Cankuzo, Muyinga na Ruyigi. Umukandida w’uwo mugambwe mu kibanza c’umukuru w’igihugu, Ndayishimiye Varisito yamenyesheje ko niyo yatorwa azoteza imbere igisata c’amabarabari y’imigenderanire hagati y’intara zitandukanye Mu gihe yari yaje gushigikira Varisito Ndayishimiye, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akaba n’umukuru w’inama y’inararibonye mu mugambwe CNDD-FDD yamenyesheje ko ashima cane kubona asozereye ibiringo vyiwe igihugu kiri ma mahoro n’umutekano kandi ubutunzi  bwifashe neza ku bice 90 kw’ijana. Petero Nkurunziza avuga kandi ko Varisito Ndayishimiye amenyekana gose mu karere kuko yafashije cane mu biganiro vyo guhagarika intambara, mu gukomeza inzego z’umutekano na gisirikare. Nkurunziza yamenyesheje abo muri izo ntara ko Ndayishimiye yiteguriye kuva kera amabanga yo kurongora igihugu kuko yarabaye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, aba umuyobozi mw’ishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu. Umukuru w’igihugu yasabasavye gutora Ndayishimiye gutyo ngo bazoba bamutoye. Ati: « Ntimusubire inyuma. Muratora Ndayishimiye muzoba muntoye kuko turi umwe ». Yasavye abanyagihugu kuba maso kuko mur’ino misi ya nyuma hari abantu basahura itunga rya Leta ngo bariko baritekerera. Yasavye abajejwe umutekano kurabira hafi no guhana umuntu wese asinzikaza ubuzima bw’uwundi muntu muri kino gihe co kwiyamamaza. Umukandida wa  CNDD-FDD Ndayishimiye Varisito yamenyesheje ko mu ntwaro ya demokarasi umuntu wese ashikiriza akamubakiye akongera agatanga intererano ku vyokorwa. Afatiye ku bisabo vy’abanyacankuzo, Ndayishimiye yashikirije ko hazokwubakwa ibarabara ry’imigenderanire rizova mu ntara ya Rutana muri komine Giharo rice muri komine Gisuru mu ntara ya Ruyigi ribandanye mu Cankuzo kandi ko amakomine yose azoronswa umuyagankuba. Ndayishimiye yashikirije kandi ko hazokwubakwa ibigwati vy’amahoro kugira amatara n’amazi ashikire abantu vyoroshe. Yasiguye ko ahatazoshika umuyagankuba wa Regideso hazokoreshwa umuyagankuba uvuye ku mishwarara y’izuba gutyo iterambere rishware hose. Ndayishimiye yashikirije ko azobandaniriza ku mushinge w’iterambere Peter o Nkurunziza yatanguje. Ati: « Jewe ndi birwahashashe ariko si ndi kavyinabuhiye kuko aho umukuru w’igihugu yabucumba nanje naguma negenyeza ». Mwomenya ko ku muhingamo wo kuri  uyu wa gatatu nyene, Ndayishimiye yabandanirije ibikorwa mu ntara ya Ruyigi muri komine Bweru aho yasavye abanyabweru kwunga urunani rwo kugwanya ubukene. Yabasavye kandi gusigurira abari mu yindi migambwe imigambi y’iterambere y’umugambwe CNDD-FDD kugira bazotore iterambere rirama kandi ridakumira rikomoka muri uwo mugambwe.
Amasendika n’amashirahamwe y’abakozi asaba iyubahirizwa ry’amategeko abagenga
Ku civugo “Twitabe amatora tudasize inyuma ibikorwa vy’iterambere vy’igihugu n’imiryango yacu”, uburundi bwarahimbaje kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 1 Rusama umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi. Ku rwego rw’igihugu ibirori vyahimbarijwe mu ntara ya Ngozi ku kibuga c’umupira w’amaguru co ku Muremera. Ibirori bikaba vyatewe iteka n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Selemani Berenari arongoye ishirahamwe ry’abakoresha yamenyesheje ko uwo musi ari akaryo keza kuri Leta n’amashirahamwe y’abakozi n’abakoresha ko kwisuzuma bakaraba ivyaranguwe neza n’ibitagenze neza mu mwaka uheze canke imbere yawo, bongere bahanahane ivyiyumviro ku vyokorwa kugira igisata c’akazi kigume gitera imbere. Selemani yamenyesheje ko ishirahamwe ry’abakoresha bo mu Burundi rishima vyinshi mu vyaranguwe kuri iyi ntwaro mu gisata c’akazi. Asigura ko hakomejwe inyabutatu mu kurōngōra igisata c’akazi kuko Leta yagiye inama n’ingingo n’ishirahamwe ry’abakoresha AEB hamwe n’ishirahamwe ry’abakozi mpuzamasendika COSYBU mu kurondera inyishu z’ibibazo vyerekeye igisata c’akazi. Selemani ashikiriza ko hashizweho kandi politike y’imishahara ishingiye ku butungane aho iyo politike ishingiye ku buremere bw’akazi, ku buhinga bw’umukozi n’umwimbu wiwe. Selemani yasavye ko uwo mugambi wobera akarorero keza amashirahamwe ya Leta n’ayabikorera utwabo mu gutunganya neza urutonde rw’akazi n’imishahara. Nk’uko igisata c’abikorera ivyabo ari igisata co kugwiza  ubutunzi n’akazi, kikongera kigagatanga ikori rihemba abakozi ba Leta, Selamani ashikiriza ko kuva mu 2010 imbere y’amatora ishirahamwe AEB  ryama rigira icirwa c’ivyokorwa mw’iterambere ry’igihugu bagaha imigambwe kugira bashire ku gihe imigambi yabo. Ni muri iyo mpamvu ishirahamwe AEB rimenyesha ko kwongereza umuyagankuba mu gihugu, kugwiza amafaranga y’agaciro, kugwiza imiti no kugabanya ibiciro vyayo, kubaka amabarabara, inzuzi n’imyonga bica mu bisagara  hamwe no kubahiriza itegeko ribuza abakozi ba Leta kubangikanya amabanga bajejwe n’urudandazwa ari vyo vyotuma igisata c’abikorera ivyabo cisununura. Nsavyimana Seresino arongoye urunani mpuzamasendika COSYBU yarashimiye umukuru w’igihugu ku kuntu yitayeho ibisata vy’akazi, ibiganiro mu kazi no gutegekaniriza kazoza abakozi. N’aho biruko Nsavyimana ashikiriza ko abakozi bagifise ibibazo bitari bike bijanye ahanini n’ukwutubahirizwa kw’amategeko agenga umwidegemvyo w’amashirahamwe aharanira agateka n’inyungu z’abakozi, gukomeza no kwubahiriza ibiganiro mu kazi, politike y’igihugu ijanye n’itunganywa ry’imishahara no kudakumirana mu kazi, itangwa n’itunganywa ry’akazi, gukwirikirana ibijanye n’ingwara n’impanuka ku kazi no gutegekaniriza kazoza abakozi, ivyerekeye kwumvikanisha mu kazi n’ubutungane mu kazi hamwe no gukingira ibidukikije. We yashikirije ko ivyo bibazo vyizwe bigatorerwa inyishu umwimbu wobandanya wiyongera mu bisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu. Nsavyimana yashikiriza ko n’aho igihugu cateye intambwe mu kwubahiriza amategeko agenga amasendika, hariho abakoresha bihaye ingendo yo guhonyanga ayo mategeko mu kwiyamiriza ishingwa ry’amasendika ku buzi abandi bagaturubika abakozi babo atacamira. Nsavyimana atanga akarorero k’ibitaro vy’i Kibuye mu ntara ya Gitega baburabuje abakozi bamwe bakabajana gukorera kure y’imiryango yabo, amashirahamwe Vigiles Burundi, KK Security-Burundi, Prothem, Brarudi na Savonor yatoteje abarongoye amasendika bakanabirukana hatisunzwe amategeko ndetse n’ubutungane bukaba butarabatunganiriza. Asigura kandi ko hari n’abakoresha bagenera abaserukira abakozi mu nzego nshingwantwaro kandi amategeko atavyemera. Uwurongoye urunani mpuzamasendika rw’abakozi yasavye umukuru w’igihugu ko abo bakozi birukanywe botunganirizwa maze bagasubizwa ku buzi. Ashikiriza ko abakora iyo ngendo baba bariko barahungabanya imigenderanire myiza mu kazi. Mwomenya ko mu gusozera umukuru w’igihugu yashimiye abakoze neza. Mu  bijanye n’iterambere, intara zaje imbere ni Bubanza ku bice 89 kw’ijana, Karusi ku manota 87 kw’ijana na Ngozi ku manota 86 kw’ijana. Amakomine 4 yaje imbere ni Ngozi, Rugazi na Mishiha yanganije na komine Mpanda.
Amatora 2020: Inzego z’umutekano no kwivuna abansi zisabwa kurikanura
Umurwi CENI waratunganije inama kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 28 Ndamukiza 2020 ku barongoye abandi mu nzego z’umutekano no kwivuna abansi mu ntumbero yo kurabira hamwe ibibanza vy’itora hamwe n’uruhara rw’izo nzego mu  gucungera amatora uburundi bwimirije. Izo nzego zihamagarirwa guteramira amahoro n’umutekano muri iki gihe c’amatora no gucungera ibibanza bizoberamwo amatora gutyo abatora baze batore badakebaguzwa Petero Karaveri  Kazihise arongoye umurwi CENI yamenyesheje ko ibibanza vy’itora mu gihugu bingana  14 718.  Kazihise avuga ko kumenyesha ivyo bibanza  abo bajejwe umutekano n’ukwivuna abansi ari nkenerwa cane  kuko ivyo bizotuma igikorwa c’ugucungera amatora kigenda neza. Abatora nabo bakazotora mu mutekano ntangere badakebaguzwa nk’uko vyashikirijwe n’uwo arongoye umurwi CENI. Abo batumire bakaba babaciriye ku mayange biciye mu dukino uko igikorwa c’itora kigenda kuva uwutora yinjiye mu kazu k’itora gushika asohoke mu bwiherero. Bamwe mu bitavye iyo nama bashikirije intererano z’ukugene ico gikorwa corangurwa. Abandi bashikirije amakenga bafise. Afatiye ku gakino k’ukugene gutora bikorwa, koroneri Ciza yipfuje kumenya iyo uwutora yashoboye kwihenda agasibanganya ikarata y’itora na rirya ari amatora atatu azobera icarimwe( ay’umukuru w’igihugu, abashingamamateka hamwe n’abajenama ba komine) ko ubajejwe guhagarikira amatora ba CENI ko bazomwongera ikarata canke amakarata y’itora. Hicuburundi Yohani Anasitazi, umwe mu ba komiseri b’uwo murwi yamwishuye ko  udukarata twa buri tora duharuye kandi tungana n’igitigiri c’abiyandikishirije kuri biro ry’itora. Aho rero Anasitazi akamenyesha ko atayindi karata azoronswa. Uwurongoye CENI we yunganiye Anasitazi agira ati: « Abatora tubasaba gukoresha ubwitonzi mu gutora kugira ngo ntibahave bashira ikimenyetso imbere y’uwo batipfuza gutora ». Jenerari  Ngendabanka Mariyusi we yashikirije amakenga kw’ikarata nshasha y’itora igiye gutangwa vuba. Ashikiriza ko abasirikare bizobagora kuronswa ayo makarata kuko abenshi muri bo ibibanza biyandikirishijemwo muri 2018 atariho bakiri. Ngendabanka asaba umurwi CENI ko wobaha uburenganzira bwokuzotora bakoresheje ikarata ya 2018 bari basanganywe. Petero Karaveri Kazihise yishuye ko hatora uwusanzwe afise ibimuranga ko yiyandikishije kandi afise ibisabwa mu gutora. Yamenyesheje kandi ko ikarata ya 2018 yari ikarata y’itora ry’ibwirizwa nshingiro. Iyo nayo ikaba itokoreshwa mu matora yimirije. Kazihise asaba abo basirikare kwisuganya bakazotora ayo makarata ariko kandi akamenyesha ko ico kibazo bagiye kuciga ngo gitorerwe umuti. Jenerari Baratuza Gasupari yashikirije amakenga kubijanye n’amatora atatu azobera icarimwe itora ry’umukuru w’igihugu, abashingamamateka n’abajenama bakomine ko azohava acanga abatora  mu gihe mu bwiherero bazoshira ikimenyetso ku makarata atatu. Umukuru wa CENI wishuye ko atawe vyotera amakenga kuko abarundi batari bake bazi gusoma no kwandika. Ikindi naco ngo umurwi CENI ubicishije mu ma CEPI na CECI watunganije inyigisho zijanye n’ukwitegurira amatora ku mitumba yose y’igihugu. Izo nzego rero zigahamagarirwa guteramira amahoro n’umutekano muri iki gihe c’amatora no gucungera ibibanza bizoberamwo amatora gutyo abatora baze batore badakebaguzwa.
Ubushikiranganji bujejwe kubungabunga amagara y’abantu bwaragarukiye ku miryango yahuye n’imyuzurira iturutse ku ruzi Rusizi
Ku muhingamo wo kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 25 Ndamukiza, ubushikiranganji bujejwe kubungabunga amagara y’abantu no kugwanya sida bubicishije mu gisata co gufashanya bwagarukiye ku miryango yahuye n’imyuzurira iturutse ku ruzi Rusizi rwuzuye maze rusesera mu mazu yo muri zone Gatumba mu ntara ya Bujumbura Muganga Ndikumana Thaddée arongoye ubwo bushikiranganji yamenyesheje ko bakiranye umubabaro ntangere ingorane zashikiye imiryango itari mike yo muri zone Gatumba mu ntara ya Bujumbura, aho ivyabo vyononekaye ndetse bagata bagahumga. Muganga Ndikumana yavuze ko mu ntumbero yo gufatana mu nda mu kugarukira kuri iyo miryango, ubwo bushikiranganji bubicishije mu gisata cabwo co gufatana mu nda « Caisse sociale » bwegeranije imfashanyo igizwe n’ibifungurwa, impuzu hamwe n’ivyo kwifuka. Bakaba batanze itone 4 z’umuceri, ibiro vy’ibiharage 5000, amasabuni arenga 2000, amabido 1000, indobo 105, ibikoresho 2000 vy’abigeme n’abakenyezi bari mu bihe, ibinini 2800 bashira mu mazi kugira vyice imicafu n’imigera y’indwara, uburengeti 1000, amahema 3 bazokoresha mu kwubaka ivuriro bazokwivuzako bagwaye, ubucupa 6000 bw’amavuta yo kwisiga yirukana imibu hamwe n’imiti itandukanye yo kuvura malaria. Muganga Ndikumana yamenyesheje ko ubushikiranganji bugiye kububakira ivuriro mu mahema. We yashikirije ko abazogwara bazovugwa ku buntu kandi ko abaganga bazobavura bahari. Nyandwi Luka, umuyobozi w’ishirahamwe Ubwiza Burundi Business amenyesha ko bifadikanije n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu gutanga ayo mavuta akinga imibu. We asigura ko uyisize umara amasaha umunani ata mubu ukwegereye. Nyandwi asaba abantu kuyisiga kuko azotuma ingwara ya malariya igabanuka na rirya aha na hariya harangwa n’ibidengeri vy’amazi. Gacuti Nadine, Buramatari w’intara ya Bujumbura yakiriye iyo mfashanyo arakenguruka umutima w’urukundo waranze abakozi bw’ubwo bushikiranganji. Ashikiriza ko ingo zirenga ibihumbi 6000 zataye izabo kubera iyo myuzurira. Buramatari w’intara ya Bujumbura asaba n’abandi bagiraneza kugarukira kuri iyo miryango kuko bamwe batagira aho bakika umusaye, batagira utwo bafungura n’utwo bipfuka kuko abenshi ivyabo vyose vyaheze muri ayo mazu. Abanyagihugu twaganiriye barakenguruka imfashanyo bariko bararonka ariko bamwe baridoga ko mu masegiteri amwamwe izo mfashanyo ziriko zihabwa abataribo. Umwe ati: « Abagiraneza baguma batugarukirako ariko hari abakuru b’imitumba bahindura intonde z’abaronka imfashanyo maze zikaronka abatahuye n’ivyo vyago ». Mwomenya ko uwo musi nyene umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD akaba n’umukandida w’uwo mugambwe mu matora y’umukuru w’igihugu Ndayishimiye Varisito yari yagiye kugarukira kuri izo mbabare.
Umukuru w’igihugu yateye umukono kw’itegeko  ritanguza ikiringo c’imyiyamamazo y’amatora
Kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2020 , umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza yateye umukono kw’itegeko  inimero 100/057 ryo kuwa ritanguza rikongera rigaheraheza ikiringo c’imyiyamamazo y’amatora y’umukuru w’igihugu, abashingamamateka n’abajenama ba komine yo ku wa 20 Rusama 2020 Iryo tegeko riramenyesha ko imyiyamamazo izotangura kuva kw’igenekerezo rya 27 Ndamukiza ikarangira kw’igenekerezo rya 17 Rusama umwaka wa 2020. Ibikorwa vyo kwiyamamaza bizohora bitangura igihe c’isaha 12 z’igitondo bisozerwe igihe c’isaha 12 z’umugoroba nk’uko bivugwa n’ingingo ya 2 y’iryo tegeko. Inyuma y’ayo mango, birabujijwe kwiyamamaza. Ingingo 3 imenyesha ko igikorwa c’ukwiyamamaza cega imigambwe, inani z’imigambwe n’abigenga bemerewe kwitoza n’umurwi CENI mu matora y’umukuru w’igihugu, abashingamamateka hamwe n’abajenama ba  komine.  Ingingo ya 4 ivuga ko abemerewe kuja mu matora barekuriwe gushikiriza imyiyamamazo yabo mu manama, mu makoraniro, mu majambo, mu nyandiko zimanikwa, mu ndirimbo, mu binyamakuru, canke mu bimenyetso.  Ingingo ya 8 isaba abipfuza aho bomanika ibimenyetso vyabo ko bitura umurwi w’igenganga ujejwe gutegura amatora mu ma komine(CECI) ukabibafashamwo. Baraheza bakabimenyesha kandi musitanteri imbere y’amasaha 24. Abahiganwa basavye ikibanza kimwe ari benshi, uwagisavye ubwa mbere niwe agihabwa. Ingingo 9 irabuza gutukana,  gutyozanya uko ari ko kwose kwa  biyamamaza. Kandi kwiyamamaza gutegerezwa kubahiriza umutekano wa bose. Ingingo ya 10 yo irihaniza gutanga ibintu mu guhera abatora. Kuva ikiringo co kwiyamamaza kirangiye gushika ku musi w’amatora, birabujijwe kwambara canke kumanika ibimenyetso vy’abahiganwa. Ingingo ya 11 itomora neza ko mu masaha y’akazi, bibujijwe gutanga inyandiko canke ibindi bimenyetso vyo kwiyamamaza mu bibanza vy’akazi. Ivyo birabujijwe kandi mu mashure n’amakaminuza akukira Reta canke abigenga. Mwomenya ko Ibwirizwa rigenga amatora risanzwe  ritegekanya ibihano kubazorenga kuri ayo mategeko
Amatora 2020: Abiyamamaza bahamagarirwa kwirinda guhonyanga amategeko
Mu gihe hasigaye iminsi 5 kugira ngo isekeza ry’ukwiyamamaza ritanguzwe icese ku wa 27 Ndamukiza 2020, umurwi CENI waratunganije kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 21Ndamukiza 2020 inama ku berwa bose n’amatora ya 2020 mu ntumbero yo kurabira hamwe ibijanye n’imyiyamamazo n’integuro yayo matora. Umukuru wa CENI  ahamagarira abiyamamaza kwirinda guhonyanga amategeko Kazihise Petero Karaveri , Umukuru w’umurwi CENI ahamagarira abanywanyi b’imigambwe, urwaruka ruhurikiye mu migambwe itandukanye  gutahura ko igihe c’ukwiyamamaza ko atari igihe c’ugutyozanya, gushamirana canke gukomeretsanya mu mvugo canke mu nyandiko. Ashikiriza ko hubwo ari igihe ciza c’aho abitoza hamwe bashikiriza imigambi basize imbere gutyo abanyagihugu bagahitamwo uwo bohunda amajwi. Asaba kandi abo biyamamaza gusoneranira, kurata imigambwe yabo mu rupfasoni. Ngo ibi navyo bikazotuma amatora agenda neza kurusha. Kazihise yaboneyeho akaryo ko kwibutsa abiyamamaza ko ico gikorwa kirangurwa hisunzwe amategeko. Abasaba rero kwubaha no kwubahiriza ayo mategeko nk’uko ibwirizwa rigenga amatora ribitomora. Niyonzima Yasente, umukomiseri  ajejwe ivy’amategeko mu murwi CENI  ari na we yatanze inyigisho zijanye n’isekeza ry’imyiyamamazo amenyesha ko imyihamamazo itanguzwa n’itegeko ry’umukuru w’igihugu. Igatangura hasigaye iminsi 23 ngo amatora nyezina atangure. Yamara rero iyo myiyamamazo  yo igategerezwa kumara iminsi 21. Uwurenze kuri ico kiringo categekanijwe n’amategeko ngo araheza akabihanirwa hisunzwe amategeko. Niyonzima amenyesha kandi ko umurwi CECI buri komine ufasha abiyamamaza mu kubategekaniriza ibibanza bimanikwamwo ibimenyetso canke inzandiko vy’abitoza. Nayo ahabera amanama babanza kubimenyesha ba musitanteri imbere y’amasaha 24. Mu gihe naho abitoza bahuriye ku kibanza kimwe, uwatanguye kugisaba niwe akironswa ubwa mbere.  Inama nkuru ijejwe gucungera ibijanye n’ibinyamakuru hamwe n’abamenyeshamakuru nayo nyene nk’uko vyashikirijwe na Niyonzima ngo irafasha abiyamamaza kugira ngo ibinyamakuru, insamirizi n’imboneshakure bishobore guha abiyamamaza umwanya ungana wogushikiriza imigambi yabo. Bimwe mu vyaha n’ibihano mu gihe c’ukwiyamamaza Niyonzima Yasinta yaramenyesheje ko kizira gushira ikimenyetso c’ukwiyamamaza aho uteretswe, kizira gutabura ivyo abandi bamanitse, isanamu zamanitswe, kizira gukoresha ibinyamakuru, insamirizi canke imboneshakure  ngo bitume amatora agenda uko atogenze. Ingingo 219 y’ibwirizwa rigenga amatora ikaba ibuza ukwiyamamaza imbere y’ikiringo categekanijwe n’amategeko. Nayo ingingo ya 220 ikabuza kwiyamamariza  Ku kazi. Uwuramutse abikora ahanishwa ihadabu riva ku mafaranga ari hagati y’200 000 na 400 000 vy’amarundi.  Uwukoresheje uburyo bwa Reta mu kwiyamamaza ahanishwa ihadabu riva ku mafaranga ari hagati 800 000 na 4 000 000. Mwomenya ko bibujijwe kandi kwiyamamariza ku mashure na Kaminuza.
Umukuru wa CVR asaba abarundi bose bazi ahari ibinogo rusangi vyahambwemwo abantu kubimenyesha abajejwe intwaro
Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 21 Ndamukiza, umurwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri no gusubiza hamwe, CVR watanguje icese ibikorwa vyo kuzura ibisigarira vy’abantu bahambwe mu binogo rusangi mu mwaka wa 1972 ku mutumba wa Bwoga wo muri komine Gitega hamwe no ku mutumba wa Mutobo wo muri komine Giheta mu ntara ya Gitega. Ndayicariye Petero Karaveri arongoye uwo mugwi amenyesha ko ku ruzi Nyambeho mu murima uri iruhande y’ibarabara rikuru RN2 hamaze gutorwa ikinogo rusangi kimwe catawemwo abantu atari bake bishwe mu mwaka w’1972. Ndayicariye asigura ko ico kinogo gifise ico cisangije kuko kiri kure y’imihana y’abantu ku buryo ari abantu bake bashoboye kumenya ivyahakorewe. Ndayicariye avuga ko ku makuru bamaze kuronka ku bakurambere yemeza ko hakurya y’urwo ruzi ku mutumba wa Gisuru muri komine Giheta havugwa ibinogo rusangi bitari bike bitarafururwa. Ndayicariye amenyesha ko ku mutumba wa Mutobo muri komine Giheta umurwi CVR umaze kwemeza ibinogo rusangi 2 aho kimwe cinzira mu nzu y’umushingantahe Barekensabe Shaneri. We ashikiriza ko umurwi CVR waciye umwubakira inzu yo mu buhinga bwa none kugira ibikorwa vy’uwo murwi ntibicererwe. Ndayicariye avuga muri ico kinogo hoba hahambwe abantu buzuye amabeni agera kuri 25 nk’uko bivurwa n’ababibonye. Ndayicariye avuga ko gusaba imbabazi ari kimwe mu bifasha abantu gusubiza hamwe. We mu butumwa yashikirije abasaba abantu bazi ko bakoze ikibi mu makuba uburundi bwaciyemwo kwicisha bugufi bagasaba ikigongwe Imana, igihugu kuko bacambuye abana baco, imiryango yabuze ababo kuko vyotuma ababuze baruhuka ku mutima. Abana n’incuti zabuze ababo Ndayicariye abasaba kugira umutima rugabo, bihangane bongere batange ikigongwe ntibashire imbere kwihora kuko ihorihori ihonya umuryango. Mu butumwa yatanze, Ndayicariye asaba ababuze kugira umutima wo kwihangana maze bashire imbere kazoza kabo n’ak’imiryango yabo ariko ntibibagire kahise bagume babanye neza n’abandi. N’ayo ku miryango, abana n’incuti z’abakoze ako kabi, Ndayicariye amenyesha ko iyo miryango atari yo yabikoze ariko ko yofasha abakoze ayo mahano bakiri bazima gusaba ikigongwe. Umukuru wa CVR asaba abarundi bose bazi ahari ibinogo rusangi vyahambwemwo abantu kubimenyesha abajejwe intwaro kuva hasi gushika ku ntara kugira babimenyeshe umurwi uwo murwi. Mvukabanka Vitari avuga ko amagume yo mu 1972 yabaye afise imyaka 10. Amenyesha ko ikinogo rusangi co ku mu tumba wa Mutobo cimbwe n’imashini kandi ko catawemwo abantu buzuye amakamyo ashika 25. We amenyesha ko benshi babazana bakanura bakabaryamika babagerekeranije bamwe bagasaba ikigongwe bakarekwa abandi bakicwa. Barekensabe Shaneri yubakiwe inzu na CVR arashima uko bagiye inama n’uwo murwi. We avuga ko yariko aratera igitoke azura amagufa aca ahamagara nyina wiwe arayamwereka aca amubwira ko vyoba ari ibisigarira vy’abantu bishwe mu rwimo rwo mu 1972. We asaba ko umurwi CVR wokora igikorwa cawo ugashira ahabona abakoze amabi maze abarundi bose bakamenya ivyabaye.
Abakozi bo mu nzu 146 bararonkejwe impapuro z’umutsindo mu gukinjika
Kuri uyu w’Imana, igenekerezo rya 19 Ndamukiza 2020, urunani rw’amashirahamwe y’abakozi bo mu nzu n’ayo abakoresha babo CATDE-Burundi ryaratanze impapuro z’umutsindo ku bakozi bo mu nzu 146 bakurikiranye inyigisho zijanye no gukinjika, gukunda igihugu, kuvyara ku rugero, kwakira abantu hamwe  no kwakira ingenzi mu bibanza vy’uburaro n’ingenzi. Manirambona Richard arongoye urwo runani yamenyesheje ko iryo shirahamwe rimaze guha izo nyigisho abakozi bo mu nzu ibihumbi 21 405. Manirambona yamenyesheje kandi ko ibikoresho bakoresha mu kubigisha vyatanzwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Asaba ko uwuzosubirira Petero Nkurunziza yobandanya afasha iryo shirahamwe. Mu gihe hasigaye imisi mike ngo amatora atangure, Manirambona asaba abakoresha kutabera intambamyi abakozi babo ngo bababuze gutora. Amenyesha ko bamaze kurondera abashingwamanza bazobaburanira mu gihe abakoresha babo bazoba bababujije kuja gutora kuko bazoba babatse ubwenegihugu. Sindayihebura Renovato yaserukiye umukuru w’igihugu muri ivyo birori yamenyesheje ko umukuru w’igihugu akenguruka ibikorwa vy’urwo runani kandi ko atazohengeshanya kurufata mu mugongo. Sindayihebura yamenyesheje kandi ko n’uwuzomusubirira mu mabanga yo kurongora igihugu azobandanya arufata mu mugongo kuko mu madosiye umukuru w’igihugu Nkurunziza Petero azomusigarana, dosiye y’urwo runani izoba irimwo. Mu gihe himirije amatora Sindayihebura asaba abakozi bo mu nzu kwiyubara no kwirinda aboza  bashaka kubakwegera mu nzira mbi mu guhungabanya amahoro n’umutekano. Irakoze Inès, umwe mubaronkejwe impamyabushobozi amenyesha ko inyigisho bahawe mu kiringo c’amezi umunani zabunguye vyinshi mu bijanye n’akazi ka misi yose. Asigura ko agiye gukinjika neza gusumba uko yahora.  Irakoze asaba abigeme guhurumbira izo nyigisho kuko zizotuma n’ingo zabo zimera neza mu gutunganya neza ivyo mu rugo. Asaba abakoresha kubandanya borohereza abakozi babo mu vyo amategeko abarekurira. Manayubahwe Yohani, umugabo w’imyaka 52 y’amavuko avuka ku mutumba wa Mahonda muri komine n’intara ya Gitega yamenyesha ko amaze gukurikirana inyigisho zo gukinjika incuro 3 mu mashirahamwe atandukanye. Avuga ko inyigisho yahawe na CATDE-Burundi ari ngirakamaro kuko zizotuma arangura neza ibikorwa vyogukinjika kandi ko ari wo mwuga umutingiye umuryango. Manayubahwe asaba abakozi bo mu nzu guhurumbira izo nyigisho kuko ubumenyi umuntu ahakura bumufasha mu buzima bwose acamwo. Mu ntumbero yo gushigikira iryo shiramwe, Ndagijimana Benyamini arongoye umugambwe CNDD-FDD mu gisagara ca Bujumbura yatanze ingabire y’itoni 3 z’umuceri, itoni 1 y’ibiharage n’iritiro 100 z’amavuta bizofasha kugaburira abaje mu nyigisho. Uwo yaserukiye umugambe yamenyesheje ko koperative Sangwe CATDE-BDI yemerewe imiriyoni 5 z’amafaranga y’amarundi abarongoye urunani CATDE-Burundi babanje kwerekana uko iyo koperative itunganijwe.
Abantu 290 bahonyangiwe agateka barituye umurwi CNIDH mu mwaka wa 2019
Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 15 Ndamukiza, umurwi w’igihugu ujejwe guharanira agateka ka zina muntu CNIDH warashikirije Inama Nshingamateka icegeranyo c’ivyaranguwe mu mwaka wa 2019. Nimuraba Sixte Vigny arongoye uwo murwi yamenyesheje ko mu busho bwinshi harangwa igitigiri kinini c’abanyororo kirengeye kure n’iyo ico bwari butegekanijwe kwakira. Amenyesha kandi ko muri uwo mwaka hibonekeje imanza zitashizwe mu ngiro izindi zitakurikijwe, n’ayo abantu 290 barahonyangiwe agateka Nimuraba Sixte Vigny amenyesha arashima ko umwaka wa 2019 waranzwe n’ukwihanganirana mu vya politike ariko ko mu busho butandukanye bagendeye hacibonekeza igitigiri kinini c’abanyororo kirengeye cane icari gitegekanijwe. Nimuraba avuga ko hacibonekeza kandi abantu bafungwa ikiringo kirekira bataraburanishwa. We amenyesha ko mu banyororo ibihumbi 11  464 bagendeye basanze ibihumbi 5 224 bafunzwe ikiringo kitari gito bataraburanishwa.  Mu vyaranguwe mu mwaka wa 2019,uwurongoye CNIDH yashikirije abashingamateka ko uwo murwi ushimishwa no kubona muri uwo mwaka hatibonekeje cane abantu bafungwa bakarenza imisi y’amatohoza kuko ku banyororo ibigumbi 2 413 bo mu busho uwo murwi wagendeye basanze abanyororo 87 aribo barengeje igihe c’amatohoza. Ku bijanye no guhonyanga agateka ka zina muntu, Nimuraba ashikiriza ko mu mwaka wose umurwi CNIDH wakiriye abantu 290 baza kuwitura ko bahohotewe. Muri bo abantu 173 barenganijwe mu vya politike, 28 mu vy’ubutunzi, ikibano n’akaranga; 53 bakeneye ubufasha; 12 mu gateka k’abana na 24  mu bijanye n’ubutungane. Nimuraba amenyesha ko muri abo bantu 290, abantu 204 bakiriwe nayo 86 batakiriwe hisunzwe ingingo ya 44 y’itegeko rishiraho umurwi CNIDH. Asigura ko abantu 188 batunganirijwe nayo 103 imanza zikibandanya kuko zirimwo uduhaze kandi zisaba ubuhinga n’uburyo bw’amafaranga. Nimuraba amenyesha ko ku busho 79 bagendeye,  abanyororo ibihumbi 2 413 bagizwe n’abagabo 2055, abakenyezi 237 barikumwe n’abana 4, abahungu 116 n’abigeme 5 batarakwiza imyaka yo gufungwa bumvirijwe n’umurwi CNIDH. Nimuraba amenyesha ko abanyororo 154 barekuwe. Amashirahamwe, igisata co kumenyesha amakuru n’igisata c’inyigisho vyarakozweko Uwurongoye umurwi CNIDH yamenyesheje ko uwo murwi ata bawituye bavuga ko bahonyangiwe  ivyiyumviro.  Nimuraba avuga ko muri uwo mwaka hugawe vy’imfatakibanza amashirahamwe 2 ariyo PARCEM na  Burundi Leadership Training Programme (BLTP). Nimuraba yamenyesheje ko umurwi CNIDH wakurikiraniye hafi ikibazo c’abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu bafungiwe mu ntara ya Bubanza. Mu bijanye n’inyigisho, Nimuraba asigura ko uwo murwi ukurikiranira hagufi ikibazo c’abana biga ku buntu mu mashure shingiro. Ariko asigura ko hibonekeza igitigiri kinini c’abana mu masomero, ubukene bw’amashure afise ibisata vy’imyuga hamwe no kubura abigisha babinonosoye. Nimuraba avuga kandi ko mu gisata c’indero hibonekeza abana baheba ishure ku bwinshi.  Ku bijanye n’ibirego abarongoye urunani rw’amashirahamwe y’abigisha Cossessona bashikirije Inama Nshingamateka, ko umurwi CNIDH wivanze mu matati bafitaniye na bamwe mu bigisha, Nimuraba yishuye ko ata ngingo nimwe barenze kandi ko bisunze itegeko rigenga uwo murwi mu kwicarira ico kibazo. Mu gihe isi yose yugarijwe n’ikiza ca coronavirus, umushingamateka Manirambona Terasi yasavye CNIDH ko yosaba ubutungane kurekura abanyororo bamwebamwe mu ntumbero yo kugabanya igitigiri kugira bakingire abanyororo  kwandura ico kiza. Nimubona yasiguye ko ico kibazo azogishikiriza ubushikiranganji bubijejwe kugira bagitorere inyishu. Mwomenya ko umurwi CNIDH uharanira ukongera ugateza imbere agateka ka zina muntu hamwe no gutanga impanuro kuri Leta hamwe n’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka mu gihe co gufata ingingo.
Abanyepolitike basabwa gufatira akarorero ku gihugu ca Tanzaniya mu bijanye n’intwaro
Mu bikorwa vyo kugendera amakomine yose agize uburundi, umukuru w’Inana Nkenguzamateka Ndikuriyo Reveriyano yaragendeye ku mugoroba w’uyu wa mbere igenekerezo rya 13 Ndamukiza abarongoye abandi mu makomine yose agize igisagara ca Bujumbura mu ntumbero yo kubayagira inyifato bogira mu gihe c’amatora hamwe n’inyifato runtu mu buzima bwa misi yose Mu gihe himirije imyiyamamazo y’amatora, umukuru w’Inama Nshingamateka asaba abarundi kubandanya bafatanye mu nda maze bagwanirize hamwe uwoza ashaka gusubiza inyuma uburundi bongere badoma urutoka ku bantu bose batunze ibigwanisho bicira umuriro batabifitiye uburenganzira. Ni muri iyo mvo Ndikuriyo ahamagarira abanyepolitike bose bazohiganwa gushira aho intahe isize. Ati: «Haburana babiri hagatsinda umwe. Abazohiganwa bokwakira neza ibizova mu matora kuko intambara isubiza inyuma igihugu». Yisunze kahise k’igihugu c’uburundi, Ndikuriyo yahamagariye abanyepolitike bose bari mw’ihiganwa mu matora yimirije gufatira akarorero keza ku gihugu ca Tanzania mu bijanye n’intwaro kuko ico gihugu gifise abahoze ari abakuru b’igihugu batatu bakiri bazima kandi ko babisikanije neza mu gihe mu Burundi muri kahise uwutapfuye yangajwe biciye mu gutembagaza ubutegetsi bigatuma igihugu cama mu ndyane zitandukanye. Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yavuze ko ari imbonekarimwe aho amatora mu Burundi aba ata bantu bariko barahungu. Ati: «Uwu mwaka wa 2020 utandukanye n’iyindi myaka kuko mu mateka y’iki gihugu ribaye irya mbere aho umukuru w’igihugu yitorewe n’abanyagihugu asozera ibiringo vyiwe mu mahoro n’ayo abanyagihugu bakitegurira kumusubiriza ata bariko barikorera intekera bahunga». Ndikuriyo amenyesha ko aho guhunga, abarundi bari bahungiye mu bihugu bibanyi baguma batahuka ku bwinshi ku bushake bwabo. Atanga akarorero ko mu Mabanda mu ntara ya Makamba aho bakira abantu bahungutse barenga 1000 buri ndwi. We asigura ko amahoro n’umutekano bikwiye mu gihugu cose ari yo mpamvu atera akamo abandi barundi batarataha kugaruka kugira bubake igihugu cabibarutse. Mw’ijambo ry’ikaze umukuru w’igisagara ca Bujumbura Mbonimpa Freddy yamenyesheje ko mu gihe hasigaye imisi mike amatora abe igisagara cose kirangwamwo amahoro n’umutekano kandi ko abantu benshi bagerageza gukurikiza amabwirizwa y’isuku mu kwirinda ikiza ca coronavirus. Mbonimpa yashikirije ko n’aho biri uko hacibonekeza ubunywero bumwebumwe burenza amasaha yo kwugara mw’ijoro.
Umurwi CENI ugiye gutanga inyigisho zijanye n’amatora ku mitumba igize igihugu cose
Mu gihe hasigaye imisi 37 ngo habe amatora y’Umukuru w’Igihugu, Abashingamateka n’Abajenama ba komine, umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora (CENI) umenyesha ko abagize imirwi yigenga ijejwe gutunganya amatora mu ntara (CEPI) n’iyo mu makomine (CECI) bazogendera imitumba n’amakaritiye mu ntumbero yo gutanga inyigisho zijanye n’uko igikorwa co gutora gitunganijwe ku musi w’amatora mu kwezi kwa Rusama 2020 Kazihise Petero Karaveri amenyesha abanyagihugu ko izo nyigisho zizobera ku mitumba yose ya rusansuma no mu makaritiye kuva ku musi wa gatatu igenekerezo rya 15 Ndamukiza gushika kuwa gatandatu igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2020. Kazihise asigura ko muri komine imwimwe abagize umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora mw’ikomine (CECI) bazoshikiriza abarongoye intwaro ikirangamisi gifatiye ku mitumba n’amakaritiye ari muri iyo komine kugira babafashe kurarika abanyagihugu. Kazihise asaba abanyagihugu kuzokwitaba isango bazohabwa, bongere bumvirize neza inyigisho bazohabwa kugira ntibazojuragirike mu gihe co gutora bigatuma haba amajwi aba impfagusa. Nayo ku bijanye n’ibikoresho, Kazihise Petero Karaveri amenyesha ko ibikoresho ( matériel lourd) bitari bike bimaze gushikanwa ku makomine yose. Ngo ibisigaye akaba ari ibikoresho ( matériel sensible) bike bizotangwa igihe c’amatora nyezina kigeze. Umurwi CENI ukaba ushima abajejwe intwaro bose ku gacumu k’ubumwe bazoterera kugira izo nyigisho zizogende neza mu gihugu cose. Mwomenya ko  abagize imirwi  CEPI na CECI batanguye kuronswa inyigisho nkarishabwenge z’imisi ibiri zizosozerwa ejo kuwa 14 Ndamukiza. Mwomenya kandi ko abagize Ama CEPI na CECI aribo bazokarihiriza ubwenge abazohagarikira amatora mu mabiro y’itora.
Abaherutse gukomorerwa amatongo n’umurwi CNTB basabwa kudahirahira ngo bayagurishe
Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 10 Ndamukiza 2020, Umurwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati n’ayandi matungo (CNTB) waratunganije ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamaku mu ntumbero yo gushikiriza ivyaranguwe n’uwo murwi kuva kuwa 13 Ntwarante 2019 gushika kuwa 31 Ntwarante 2020. Muri uwo mwaka hakaba harasozerewe kwiga amadosiye 5539 n’imirwi y’i ntara hamwe n’amadosiye 1159 yasozerewe n’umurwi w’iyungururizo Mbonimpa Dieudonné, umuvugizi w’uwo murwi avuga ko kuva igenekerezo rya 13 Ntwarante 2019 gushika igenekerezo rya 31Ntwarante 2020 hasozerewe amadosiye angana 5539 yizwe n’abaserukira imirwi y’i ntara hamwe n’amadosiye 1559 yizwe yongera arasozerwa n’umurwi w’iyungururizo. Mbonimpa amenyesha ko umurwi CNTB watanguranye  ikiringo  gishasha  c’imyaka itatu amadosiye 23180 yararindiriwe kwigwa. Muri ayo hakaba harimwo ayangana 20508 yigwa n’abaserukira imirwi y’i ntara (délégations provinciales) hamwe n’ayangana 2672 yigwa n’umurwi w’iyungururizo.  Umurwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati n’ayandi matungo ukaba ushikirizako usigaje kwiga amadosiye angana 17677 agizwe ni 14969 azigigwa mu mirwi y’i ntara hamwe n’ayangana 2708 azigwa n’umurwi w’iyungururizo. Umuvugizi w’umurwi CNTB akamenyeshako ugiye gukorera cane mu ntara za Makamba na Rumonge kuko arizo ntara zigwiriyemwo abafise amatati y’amatongo kurusha izindi. Umurwi CNTB urahura n’intambamyi mu kurangura ibikorwa vyawo Mbonimpa amenyesha kandi ko uwo murwi uhura n’intambamyi mu kurangura ibikorwa washinzwe. Izo nazo zikaba zibonekeza cane ku banka gushira mu ngiro ingingo zafunditswe n’uwo murwi, abashikiriza ibinyoma n’ivyabona atari vyo, abanka kwitaba iyo barengukijwe, ukudakorana neza na bamwe bamwe bajejwe intwaro hamwe n’abitura uwo murwi imanza zabo barazitwaye mu masentare canke abazitwaye mu murwi bakongera bakitura sentare. Mu gutorera umuti izo ntambamyi, umuvugizi w’uwo murwi amenyesha ko umurwi CNTB ugiye guhimiriza abanyagihugu babicishije ku baserukira intara,amakomine, abarongoye amasentare y’intango canke y’intara, abaserukira igipolisi, abarongoye amazone kugira ngo uwo murwi usahirizwe. Nayo abaherutse gukomorezwa amatongo n’umurwi CNTB basabwa kutihutira kuyagurisha kuko ngo vyagaragayeko hari abazana amasura y’ibinyoma hamwe n’impapuro za magendo. Mwomenyako ibice 73 kw’ijana vy’amadosiye amaze gushikirizwa umurwi CNTB amaze gusozerwa kuva aho ushingiwe mu mwaka w’2006. Nayo ayangana  ibice 26,30 kw’ijana akaba akiriko arigwa.
« Kurekuriranira no kunywana ntivyoroshe tukigendagendera ku magufa y’abantu »
Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 4 Ndamukiza 2020 umurwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi watunganije ibikorwa vyo gushara ahabona ibisigarira vy’abantu bahambwe mu binogo rusangi ku mitumba ya Mashitsi na Nyabunyovu muri komine Giheta intara ya Gitega. Ivyo bikorwa vyatangujwe n’inkuka ya misa yo gusabira abo bantu Ndayicariye Petero Karaveri arongoye uwo umurwi  amenyesha ko mu binogo rusangi bine vyatowe ku mutumba wa Mashitsi hahambwe mwo abantu barenga 1971. Ku mutumba wa Nyabunyovu hahambwe abantu barenga 902 mu binogo rusangi bitatu. Nayo mu binogo rusangi umunani vyo ku mutumba wa Bukirasazi muri komine Shombo, intara ya Karusi aho bita ku Ruvubu hazuwe ibisigarira vy’abantu barenga 7 348 mu binogo rusangi 8. Muri ivyo bibanza nyene, Ndayicariye avugako hegeranijwe imifiko itari mike irimwe amagufa y’abantu yamaze gucika ivu, impuzu canke ibirato n’ibindi vyo gushaza bari bambaye, ivyuma bimwebimwe bakoresheje mu kubica n’ibindi. Umukuru w’umurwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi avuga ko kunywana no kurekuriranira bitoroshe mu gihe abarundi bakigendagendera ku magufa y’abantu bahambwe bunyamaswa. We amenyesha ko ico gikorwa kizotuma ababuze bagandarira ababo maze bakaruhuka ku mutima. Ati : « Uburundi bwipfuza kubohoka, gukira, kuva mu maganya n’amarira, kuva mu kabonge, kugandara no kuganduka. Ivyo ntibishoboka tukigendera hejuru y’ibinogo rusangi vyatawemwo abantu. N’uwutavyemera ntabigwanye kuko vyarabaye » Patiri mukuru wa paruwasi Giheta Gaëton Ruceke mu nyigisho yatanze ahamagarira abarundi gufatana mu nda maze bagasabana ikigongwe ku mabi yose yakozwe. Ati: « Noba niboshe ntasavye ikigongwe uwo nacumuyeko kandi nanje noba ndamuboshe ». Umwe mu bashoboye kumenya ibisigarira vya se wiwe yarashinze intahe Ngendakumana Leatitia amenyesha ko yagumye aza kuraba aho umurwi CVR uriko urazura ibisigarira vy’abahambwe ikivunga ku Ruvubu no ku mutumba wa Mashitsi. Ngendakumana asigura ko se wiwe bamutwaye mu mwaka wa 1972 Kuva ico gihe ntiyagarutse. Agira ati: « Dawe yafatiwe i Bujumbura baca bamudugana i Gitega. Kuva ico gihe ntawamenye irengero ryiwe. Narasavye umurwi CVR ko nibabona amenyo y’inzahabu bazoca bambwira kuko ariyo yari yambaye ». Uwo Ngendakumana rero yahavuye abona ibimenyetso vyerekana ko se wiwe yahambwe ngaho i Mashitsi kuko bahatoye ayo menyo y’inzahabu (Prothèse dentaire) yari mu kanwa kiwe. Ariko Ndayicariye amenyesha ko muri ico kibanza bahatoye n’ayandi menyo y’inzahabu. Mwomenya ko umurwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi igikorwa cawo gihera ku mabi yakozwe kuva mu mwaka wa 1885 gushika mu mwaka wa 2008
Indorerezi z’amatora zitegerezwa kuba zifise impusha zitanzwe na CENI
Ku munsi wa
gatanu igenekerezo rya 20 Ntwarante 2020, umurwi w’igihugu wigenga ujejwe
gutunganya amatora (CENI) waratunganije inama ku baserukira imigambwe yemewe
n’amategeko mu Burundi, abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya
poritike hamwe n’abaserukira amashengero mu ntumbero yo kurabira hamwe ibisabwa
ku bazohagarikira amatora Uburundi bwimirije.
Kazihise Petero Karaveri, umukuru w’umurwi CENI  yamenyesheje ko uwuzohagarikira amatora wese
ategerezwa kuzoba afise uruhusha rutanzwe n’umurwi ujejwe  gutunganya amatora. Kazihise Petero Karaveri, yamenyesheje ko hagiye
kwakirwa intonde z’abazohagarikira n’abazorera ayo matora kuva kw’igenekerezo
rya 23 gushika kuwa 27 Ntwarante uyu mwaka nk’uko ikirangamisi c’amatora
gisanzwe kibitegekanya.  Gutyo rero uwo murwi  ukazoheza ugaca ubatunganiriza  impusha bazokoresha muri ico gikorwa nk’uko
vyabandanije bishikirizwa n’uwurongoye uwo murwi. Abazohagarikira canke bazororera
ayo matora basabwa gutanga ikopi zibiri za karangamuntu, udufoto tubiri   hamwe n’urwete rwandikirwa umukuru w’umurwi
CENI ku rwego rw’igihugu canke mu ntara. Abo mu makomine bandikira umurwi
w’intara wigenga ujejwe gutunganya amatora CEPI ukabibafashamwo mu kubatererako
imikono kuri izo mpusha. Ariko rero ngo bakazozitorera mu mirwi ijejwe
gutunganya amatora mu makomine ariyo CECI.  Kubazohagarikira
canke bazororera amatora ku bibanza canke amabiro y’itora nta foto bo batanga ariko
batanga ikopi imwe ya karangamuntu. Nayo igitigiri cabo cigwiza na kabiri
ugereranije n’ic’amabiro y’itora aharangwa. Rwasa Agato,
umwe mubitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu akongera akaba arongoye umugambwe
CNLyasevye umurwi CENI kwongereza igitigiri cabo bahagarikira canke barorera
amatoro kuko ngo ari bake. Igisabo ciwe, nyuma y’uko cunganiriwe na Nahimana
Diyedone umwe mu bigenga bitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, umurwi CENI ,
ubanje ku gica irya n’ino wahavuye wemera kwongereza ico gitigiri. Aho cavuye
ku bantu 10 gishirwa kuri 18 bazohagarikira amatora Ku rwego rw’igihugu,
n’ukuvuga umuntu umwe buri ntara.  Nayo
ku rwego rw’amakomine hakazotangwa abarorerezi 119, ni ukuvuga umwe umwe buri
komine. #Burundi  La @CeniBurundi vient d'annoncer que le dépôt de dossiers de mandataires et des observateurs va se faire du 23- 27 mars 2020. pic.twitter.com/DMko2Vhe2D Hicuburundi
Yohani Anasitazi, umwe mu bakomiseri ba CENI ajejwe ubuhinga muri uwo murwi
asaba abanyamigambwe, amashirahamwe yigenga n’amashengero gutanga intonde
z’abantu bijunja n’ijambo babishoboye kandi bubahirije ibitsina vyose hamwe
n’ubwoko. Ngendakumana
Rehonsiyo uwitoza mu kibanza c’umukuru mu mugambwe FRODEBU asaba CENI kudafata
nk’itegeko ico cipfuzo c’ukubahiriza igitsina canke ubwoko kuko imigambwe imwe imwe
yohava itavyubahiriza yohava yankirwa intonde yatanze. Nayo bamwe
mubaserukira amashengero bari bitavye iyo nama bamenyesheje ko bagiye gutanga
intonde z’abazofasha kurorera amatora mu gihugu cose ku mabiro yose y’itoro
nk’uko vyashikirijwe na Nduwimana Eme Pasikari arongoye ishengero MAC. Mwomenya ko
n’indorerezi mvamahanga hamwe niyo zabisaba ko umurwi CENI witeguye neza kubaronsa
impusha nk’uko vyashikirijwe na Kazihise arongoye uwo murwi.
Abakobwa badandaza umubiri mu gisagara ca Bujumbura bagiye guhagurukirwa batuzwe
Mu nama y’umutekano yagirishije
abajejwe intwaro n’igipolisi kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 16 Ntwarante,
Freddy Mbonimpa, umukuru w’igisagara ca Bujumbura yamenyesheje ko ubusambanyi
buguma buba ndanse mu gisagara ca Bujumbura aho abigeme bagurisha umubiri
baguma biyongera kandi bagateza umutekano muke aho babaye. Umukuru
w’igisagara ca Bujumbura avuga ko kugurisha umubiri ku bigeme n’abakenyezi
biteye kubiri n’imico n’imigenzo y’abarundi kandi ko Leta idashobora kureka
umuntu ngo yigenze uko ashatse. Komiseri
arongoye igipolisi c’imibereho n’imigenzo myiza amenyesha ko kuva mu kwezi kwa
2 umwaka wa 2020 hamaze kwibonekeza abana benshi bafashwe ku nguvu, aho bamwe muri
bo bazokwibaruka bari musi y’imyaka 15. Asaba ko abakora ubusambanyi botuzwa
kuko baba bariko baratitura imico n’imigenzo y’ikirundi. Asaba kandi abajejwe
intwaro gufatira ibihano abapangisha inzu abo basambanyi babamwo kuko amategeko
arabihana. Uwo mu
komiseri avuga ko afadikanije n’uwutwara karitiye Gisyo muri zone Kanyosha,
bigeze kugara inzu 19 zibamwo abakora ubwo busambanyi ariko ko kubera bamwe
ariho bavuka ico kubugarira amazu carasenzwe kuko baca bakubwira ko ubomoye
mw’itongo ryabo. Ashikiriza ko abo bamaraya batera umutekano muke kuko ahenshi
bakunda kugwana, bagakomeretsa abantu abandi bakiba. Uwurongoye Zone Ngagara amenyesha ko hari abagabo bakura abana kw’ishure bakabajana mw’ihoteri bita Ghandi yo muri iyo zone ngo barabasohokanye. Asaba abajejwe umutekano kwugara akaryango gatoyi babacishamwo kuko bariko baronona kazoza k’abo bana. Asaba kandi abarongoye amashure kudatanga impusha bataravye neza iyo umwana agiye kuko bamwe bagenda mu mwanya w’ishure. Mbonimpa
akaba yasavye abajejwe intwaro n’umutekano kwongereza inguvu maze barandurane
n’imizi iyo ngeso mbi bongere bafatire ibihano mu guca ihadabu abapangishije ayo
mazu babamwo kuko yubatswe kugira afashe kugwiza uburaro bw’abantu, ko atubatswe
mu ntumbero yo gutitura imico n’imigenzo y’uburundi.
Casino ntonto zahagaritswe mu gisagara ca Bujumbura
Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 16
Ntwarante, umukuru w’igisagara ca Bujumbura  Mbonimpa Freddy yatunganije inama ku bajejwe
intwaro n’igipolisi mu ntumbero yo kurabira hamwe uko umutekano wifashe mu gisagara
ca Bujumbura. Mbonimpa amenyesha ko umutekano wifashe neza kuko abajejwe
umutekano barakoranye neza n’umurwi w’umutekano uhurikiyemwo bose. Mbonimpa asavye abajejwe intwaro n’umutekano guhagarika no gufata Casino ntonto zose zisigaye zibonekeza mu mpande zitandukanye z’igisagara ca Bujumbura kuko ngo abana basigaye biba amafaranga baja gukinisha, abandi bagasiba ku mashure barorera uko bakina. Umukuru w’igisagara ca Bujumbura asaba kandi gusambura amarigara yose banywerako urumogi muri zone Nyakabiga kuko vyabaye ndanse. Amenyesha ko rusigaye runyobwa ku mugaragaro haba ku mutaga no mw’ijoro. Asaba abajejwe intwaro gufata abantu bose batarashira amatara ku mabarabara bakabaca ihadabu y’ibihumbi 10 000 maze bace bashiraho ayo matara. Yabasavye kandi kwihweza mu bunywero ko igikoni gitunganijwe neza hamwe n’aho abantu biherera kuko ubunywero bwinshi butagira ubuzu bwa sugumwe bubereye. #Burundi Le maire de @MairieBujumbura tient ce lundi, une réunion de sécurité avec les autorités administratives et la police. @FreddyHon souligne que la sécurité est bonne grâce au comité mixte de sécurité pic.twitter.com/rjeE5aXVCg Mbonimpa
yibutsa abajejwe intwaro ko batarekuriwe kwugara ubunywero bwarengeje amasaha
yo kwugara ahubwo ko bokwihweza bagahamagara nyene akabare hanyuma bukeye
bakamuca ihadabu. Ati: « Igikorwa co
kwugara ububare bwarengeje amasaha kiraba umukuru w’igisagara ca Bujumbura gusa ». Uwurongoye
zone Rohero asaba gukura kw’isoko ikinyobwa ca Karibu kuko kiriko kironona
ubuzima bw’ugwaruka. Ati: « N’aho
ishirahamwe rizikora ryoba rifise uburenganzira nibabihagarike kuko ubuzima bwa
benshi buguma bumererwa nabi ». Komiseri
arongoye igipolisi c’imibereho n’imigenzo myiza amenyesha ko kuva mu kwezi kwa
Ruhuhuma 2020 hamaze kwibonekeza abana benshi bafashwe ku nguvu. Asaba ko
abakora ubusambanyi botuzwa kuko baba bariko baratitura imico n’imigenzo
y’ikirundi. Asaba abajejwe intwaro gufatira ibihano abapangisha inzu abo
basambanyi babamwo kuko amategeko arabihana.
Umurwi CVR watanguje ibikorwa vyo kuzura ibisigarira vy’abantu bahambwe mu binogo rusangi ku mutumba wa Mashitsi muri komine Giheta
Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 5
Ntwarante 2020, umurwi w’igihugu ujejwe kurondera ukuri no kunywanisha abarundi
CVR waratanguje icese ibikorwa vyo kuzura ibisigarira vy’abantu batawe mu
binogo rusangi 4 mu mwaka w’1972 ku mutumba wa Mashitsi, komine Giheta mu ntara
ya Gitega. Ndayicariye Petero karaveri yamenyesheje ko ivyo binogo vyitwa
ibiserege vyimbwe n’imashine maze vyatabwamwo abantu bagikanura baciye ku ntebe
y’ishure Ndayicariye
Petero Karaveri yamenyesheje ko inyuma yo gutangura igikorwa co kuzura abantu
batawe ku Ruvubu bamenye ko ku mutumba wa mashitsi naho hari ibinogo rusangi
bitari bike. Ndayicariye avuga ko ico kibanza gifise kahise cisangije
ugereranije n’ibindi bibanza kuko ngo ibinogo biri kuri uwo mutumba ari
ibiserege binini kandi birebire mu gihe nko ku Ruvubu usanga ibinogo bimeze
nk’umuzingi. Ndayicariye avuga ko ivyo biserege vyimbwa n’imashine mw’ijoro
kandi ko hatawemwo abantu bagihema. Ati: « Abantu bazanwa n’imodoka bahema bakabaryamikamwo bakomeye umwe ku
wundi. Igitigiri bipfuza kimaze gukwira imashine yaca ifurira. Ikinogo kitaruzura
naho baca baza kuzana abandi ». Umukuru wa
CVR  amenyesha ko muri iyo komine n’ubu
habandanya gutorwa ibindi binogo rusangi canke ibiserege. Ndayicariye avuga ko
ku mutumba wa Mutobo hafi y’ikigabiro c’ingoma mu Gishora hatowe ibinogo 2 aho
kimwe ari igiserege gica mu nzu y’umuntu hamwe no ku mutumba wa Muremera mu
gaciimbiri Nyabunyovu hamaze kwemezwa ibinogo rusangi 2 mu murima w’imyumbati.  Umutama
w’imyaka 67 wo ku mutumba Masasu muri komine Giheta twasanze muri ico kibanza
yamenyesheje ko imashine zaza kwimba ivyo biserege mw’ijoro maze ibikamyo
vyitwa Rubaho bikaza mu bucagucagu vyuzuye abantu maze bagatabwayo babona. Uwo
mutama amenyesha kandi ko abantu batobato batabaraba, ko bahama gusa abantu
bize canke baciye ku ntebe y’ishure. Ati: « Abo bantu bahuye n’umuntu mutomuto ntaco bamugira ariko uwize baca
bamufata bakamujana i Gitega ». Uwo mutama avuga ko ivyo bikorwa
babirorerera ku musozi kandi ko hahambwe abantu bo mu mihingo itandukanye. Uwu ndi
mutama twahasanze avuga ko ubwo bwicanyi bwabaye ari umusore. Yagize ati: « Ako kabi kabishe twatanguye kukumva mu
Rumonge bavuga ngo ngwaho ba Murere maze abantu bagufibagufi baricwa. Mu nyuma
baciye batangura gusobanura mu ntara zose abahutu bose bize canke abanyeshure.
Nta muhutu mutomuto atize numwe yishwe kiretse abari bafise ivyo batunze ». Uwo mutama
avuga ko amakamyo ariyo yaza guta abantu ku mutumba wa Mashitsi abakuye mu
mihingo itandukanye kuko aho bahuriye hose baca bafata. Avuga ko amwe muri yo
yanyazwe abantu bo muri komine Nyabikere mu ntara ya Karusi. Ku bijanye
n’imbabazi uwo mutama ati: « Imana
niyo nyenimbabazi n’ikigongwe atariyo yitangiye ikigongwe umuntu ubwiwe ntiyobishobora
kuko koguma kariyo ». Nayo ku
bijanye no gucira urubanza abazokwagirwa n’ivyo vyaha ati: « Akabi kabishe karashitse kandi akahise
karahise. Abo vyega boja hamwe bakavyiga maze hagatangwa ikigongwe c’ikivunga ». Uwo mutama
avuga ko « ivyo bikorwa vyokorwa mu
ntumbero yo kwereka abanyagihugu ivyabaye kugira ntibizosubire maze akabi kamirwe izuba ritaraseruka ». Mwomenya ko umurwi CVR umaze kurangura ivyo bikorwa mu mihingo myinshi itandukanye nko ku Ruvubu, kw’isoko yo mu Kamenge, kuri Metalusa mu gisagara ca Bujumbura, i Rusaka mu ntara ya Mwaro, i Muhuta mu Rumonge, i Mabanda  mu ntara ya Makamba, i Musigati mu ntara ya Bubanza n’ahandi. Twobibutsa kandi
ko umurwi CVR udaca imanza, ariko ko igikorwa cawo ari ugutohoza ukuri ku mabi
yabaye mu Burundi hamwe no kunywanisha abarindi.
Inyigisho zo gukunda igihugu zihamagarira abarundi bose gutanga amakori n’amatagisi
Mu ntumbero
yo gufasha abarundi kuzirikana igihugu cabibarutse, Ubushikiranganji bw’intwaro
yo hagati mu gihugu, inyigisho zo gukunda igihugu  n’iterambere ry’abanyagihugu bwaratunganije
igitabu c’inyigisho zo gukunda igihugu ku bahurikiye mu mirwi yo gukunda
iguhugu. Izo nyigisho zirafasha abarundi kumenya insiguro y’amakori n’amatagisi
batanga n’akamaro kayo ndetse n’ubwoko bwayo Nk’uko
bimenyeshwa muri ico gitabu, umugambi w’inyigisho zo gukunda igihugu wavuye
ahanini kw’ishaka ry’uko igihugu c’Uburundi cosubira kwiyambika umutamana mu
gutunganya ubuzima bwaco hisunzwe imigenzo myiza n’imico kama vyamye biranga
abarundi kuva kera na rīndi. Izo nyigisho zikaba zitegekanijwe gutangwa kuva ku
mazone maze abazironse basabwa kwama bazirikana akaranga kazo, bagaharanira
kugwanya kurya ibiturire, gusesagura amatungo y’igihugu no gushira imbere
ibikorwa, vyo soko ry’iterambere rirama. Muri izo
nyigisho ubwo bushikiranganji burakaburira abarundi bose ingendo yo kwijukira
gutanga amakori n’amatagisi kugira Leta ishobore kurangura neza imigambi yasize
imbere mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu. Mbega
amakori n’amatagisi ni iki? Ikori ni
amafaranga arihwa rimwe ku mwaka ategerezwa gutangwa n’abanyagihugu,
amashirahamwe be n’amahinguriro aronka inyungu kuvyo agaba canke atunze, kugira
Leta ironke amafaranga ikoresha mu gutunganya imigambi y’iterambere. N’ayo
itagisi ni amafaranga atozwa ku musi ku musi ku bidandazwa vyanzwe mu bibanza
bizwi. Urugero rw’ayo mafaranga ruva ku ngingo zifatwa n’abajejwe intwaro. Amakori ari
ubwoko bwinshi. Hari ikori ry’ibitungwa bininibinini nk’inka, ikori ry’ubutaka,
ikori ku nzu zikoteshejwe, ikori ku makinga, amapikipiki n’imiduga, ikori ku
nyubakwa n’ibikoresho vyo gutumatumanako amakuru (Pylônes), ikori ku mamashine
abarira impuzu n’ikori ku mushahara.
Hari amakori n’amatagisi atozwa n’ikigo OBR ayandi agatozwa n’amakomine. Ni bande
bariha amakori n’amatagisi? Ico gitabu
cerekana ko igikorwa co kuriha ikori n’amatagisi ari ica buri muntu afise ico
arangura. Ahanini ico gikorwa kiraba abajejwe intwaro n’abakozi bo muri OBR mu
guhimiriza no gusigurira abanyagihugu, abadandaza, amahinguriro, akamaro k’amakori. Amakori
n’amatagisi ateza imbere ubuzima bw’igihugu nko mu gisata c’ibikorwa vya Leta
mu guhemba abakozi, mu gisata c’imibano mu kugarukira ku mico kama n’akaranga
k’igihuhu, mu gisata c’indero mu
kwigisha urwaruka no kugura ibikoresho vya nkenerwa, kwubaka amashure,
amabarabara, amavuriro no kuronsa amazi meza abanyagihugu hamwe no gukingira
ibidukikije. Hokorwa iki
ngo amakori n’amatagisi atozwe neza mu Burundi? Kugira
amakori n’amatagisi atozwe neza ata nkomanzi, Ico gitabu cerekana ko Leta
yokwiga neza ko buryo amafaranga atozwa atorengera ubushobozi bw’uwuyatanga.
Hokwerekanwa imigambi  yaranguwe mu
makori n’amatagisi yatojwe mu ntumbero yo gutera intege abayatanga. Ico gitabo
cerekana ko hotunganywa ku mugaragaro ibikorwa vyo kwerekana uko amafaranga
yatojwe yakoreshejwe kandi hagakorwa urutonde rw’abatanga amakori n’amatagisi
ata nkunzi. Ngo ivyo bizotuma abantu bose biyumvamwo ineza yo kuyatanga. Mwomenya ko
gutanga ikori n’amatagisi biri mw’Ibwirizwa Shingiro ry’Uburundi. Umurundi
adatanga ikori aba ariko aranyonyeza itunga ry’igihugu.
Abazokwikura mu matora hamaze gukorwa udukarata tw’itora bazohanwa hisunzwe itegeko rigenga amatora
Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 18
Ruhuhuma 2020, umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora (CENI)
watunganije inama ku barongoye imigambwe yemewe n’amategeko mu Burundi hamwe
n’abitoza ku giti cabo mu ntumbero yo kwihweza no kwemeza ibimenyetso
bizokoreshwa mu matora yimirije. Abarongoye imigambwe 17, urunani rumwe hamwe
n’abitoza ku giti cabo 10 bakaba bemeje ibimenyetso bizobaranga muri ayo matora Kazihise
Petero Karaveri arongoye umurwi CENI amenyesha ko abanyamigambwe canke abigenga
bazokwikura mu matora hamaze gukorwa udukarata tw’itora bazohanwa hisunzwe
ingingo y’104 y’itegeko rigenga amatora ku bitoza mu kibanza c’umukuru
w’igihugu, ingingo y’135 y’iryo tegeko ku bitoza mu kibanza c’Abashingamateka
n’ingingo y’166 ku bitoza mu kibanza c’Abakenguzamateka.  Ashikiriza ko izo ngingo zose zerekana ko
uwutemerewe dosiye yiwe kubera imvo iyi canke iriya canke mu gihe adakwije
ibisabwa asubizwa ingwati yatanze kandi ko ata kindi kintu asabwa. Kazihise
avuga ko n’aho  ivyo bimenyetso vyemejwe,
umurwi ujejwe gutegura amatora CENI uzobanza kwiga amadosiye uzoshikirizwa
kugira ngo wemeze canke uhakane ko uwitoza akwije canke adakwije ibisabwa mu
kwitoza. Rugema
Iridefonsi, umwe mu bazokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ku giti ciwe ati
: “ Jewe simbona igituma gutora inimero z’imigambwe canke abigenga zikoreshwa
mu gutondekesha imigambwe kw’ikarata y’itora kwoba ntabanduka mu gihe
uwitoza  ataramenya neza ko dosiye yiwe
izohava yemerwa kuko ashobora gusanga adakwije ibisabwa”. Uwurongoye
umurwi CENI asigurako uwo dosiye itazokwemerwa canke agasokora ataco
bizokwonona. Imigambwe imwimwe ipfa ibimenyetso
biyiranga Ku bijanye
n’imigambwe ipfa ibimenyetso nk’ivy’Incungu z’igihugu,  Banzawitonde Gaburiyeli arongoye umugambwe
APDR abonako iyo migambwe itokwiyitirira izo Ncungu kuko ari Incungu
z’abarundi. Gashatsi Abeli arongoye umugambwe UPRONA si uko abibona. Ati: “ Izo
Ncungu zirafise imigambwe zarimwo”. Kuri ico
kibazo, Kazihise Petero Karaveri ashikirizako ubu ata migambwe ifise
ibimenyetso vyotuma haba ukwitiranya aba n’abandi. Ati: “ Uko twabibonye nta
bimenyetso vyoshobora guhuvya abanywanyi b’imigambwe mu gutora”.  Mwomenya ko isango ryo gutanga amadosiye ari
kuva kw’igenekerezo rya 25 Ruhuhuma gushika kw’igenekerezo rya 05 Ntwarante
2020 ku bitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu hamwe n’abajenama ba komine. Nayo
ku bitoza  mu kibanza c’Abashingamateka
n’Abakenguzamateka ni kuva kuwa 25 Ruhuhuma gushika kuwa 10 Ntwarante 2020.
Amatora 2020: Abatwa basaba guserukirwa n’abatwa atari abantu biyitirira ubwo bwoko
Kw’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2020, Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI waratunganije inama ku barongoye amashirahamwe y’abatwa mu ntumbero yo kubamenyesha no kubasigurira ibikenewe muri dosiye y’abatwa biyongera ku gitigiri c’abatowe mu Nama Nshingamateka na Nkenguzamateka.  Ayo mashirahamwe asabwa gutanga abaserukira abatwa bashira imbere ineza y’abo baserukira Kazihise
Petero Karaveri, Umukuru w’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora
CENI yibutsako abatwa basanzwe bongerwa ku gitigiri c’abatowe mu Nama
Nshingamateka na Nkenguzamateka hisunzwe itegeko rigenga amatora. Iryo naryo
rikaba ryemezako abatwa batatu aribo baja mu Nama Nshingamateka na batatu mu Nama
Nkenguzamateka. Uwo
arongoye uwo murwi amenyeshako hisungwa kandi amashirahamwe y’abatwa asanzwe
afise abanywanyi benshi kandi ko ategerezwa kuba azwi n’amategeko. Bakaba bongekwako
kugira ngo baserukire abatwa bose bari mu ntara zitandukanye z’igihugu. Asigura
ko  basabwa  gushira mu madosiye yabo ibipapuro 12,  cumi muri izo zironderwa n’abagomba gutanga
dosiye bayicishije mw’ishirahamwe bahurikiyemwo,  izindi mpapuro zibiri bazuzuriza muri
CENI.   Kazihise
amenyesha ko mu muntumbero yo kworohereza ubwoko bw’abatwa, abitoza mu kibanza
c’abashingamateka canke abakenguzamateka badasabwa ingwati y’amafaranga
ibihumbi amajana atanu n’ibimenyetso bibaranga nk’uko bisabwa ku bitoza muri
ivyo bibanza bava mu migambwe canke abitoza ku giti cabo. Kazihise amenyesha
kandi ko atari ngombwa ko bagira intonde z’abitoza kuko izo ntonde zigira
abanyamigambwe bo batanga abitoza buri ntara n’amakomine. Avuga ko kuba babatumyeko
ari akaryo keza ko kubasigurira ibishirwa muri dosiye kuko umurwi CENI uheza  ukisunga ayo madosiye mu kwiga abashobora
gushirwa muri ivyo bibanza. Amashirahamwe
11 yari yitavye iyo nama asaba umurwi CENI ko aboserukira abatwa boba koko ari abatwa
kuko bimaze kugaragara ko hariho abashirwa mu nzego zitandukanye biyitirira
ubwo bwoko kandi atari bo. Basaba kandi umurwi CENI ko wobafasha bagaserukirwa
n’imiburiburi n’umuntu yahejeje amashure yisumbuye kuko ngo abongeweko muri
kahise vyagaragayeko batitayeho abo bari bajejwe guserukira. Abatwa basaba nabo gushirwa ku ntonde mu migambwe
barimwo Nengo
Emmanuel arongoye ishirahamwe mpuzabatwa (UNIPROBA) ati: “Imigambwe irakumira twebwe abatwa kuko abahutu n’abatutsi bo basabwa
gutanga intonde z’abitoza kuri kira mugambwe haba mu ntara canke komine”.  Nengo
yibaza igituma abatwa bo badashirwa kuri izo ntonde kandi na bo basanzwe bari
muri iyo migambwe mbere bakora nk’ivyo abandi banyamigambwe bakora. Asaba
umurwi CENI ko bobugururira imiryango nabo bashobore guserukirwa canke guserukira
abandi barundi kuko vyoba ari vyiza batagiye barongerwako kandi nabo bashoboye. Nengo
asaba kandi abarongoye amashirahamwe y’abatwa kudahirahira ngo basubire gutanga
dosiye y’umuntu yiyitirira ubwoko bw’abatwa atari we canke umuntu n’umwe atarangije
n’imiburiburi amashure yisumbuye kuko ataco yoheza afashe abo aserukira. Ku
kibazo kijanye n’uko ishirahamwe rimwe rishobora gutanga umuntu umwe kuri
babiri basabwa, Umukuru w’umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI amenyeshako
amategeko atabibuza ariko ko bigabanya amahirwe kw’ishirahamwe. Nayo kuba ayo
mashirahamwe asabako hotangwa dosiye y’umuntu yahejeje amashure yisumbuye,
Kazihise yishura ko ayo mashirahamwe ari yo ategerezwa kwitunganya kuko CENI
yakira amadosiye yabatanzwe uko bari kose. inyuma
yaho ayo mashirahamwe amenyeshejeko  yokwongerwa
imisi  yogutanga ayo madosiye kuko
babimenye bateba ndetse n’ugutunganya amanama yayo ngo batange uwobaserukira,   umurwi CENI wabongeye imisi itanu kugira ngo
bitunganye neza. Mwomenya
ko bakazotangura gutanga amadosiye yabo kuva kuwa 25 Ruhuhuma gushika kuwa 15
Ntwarante 2020.
Amashirahamwe atandukanye yagarukiye ku miryango yo ku Buterere yasizwe iherohero n’imyuzurira y’imvura
Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2020, amashirahamwe Rotaract, Go For Impact Today ashigikiwe na UNFPA Burundi na ONUFemmes Burundi, yaragarukiye ku miryango  422 yegeranirijwe muri karitiye Mubone, zone ya Buterere mu gisagara ca Bujumbura. Iyo miryango ikaba yahuye n’imyuzurira y’imvura mu mpera z’ukwezi kwa Kigarama mu 2019, aho inzu zitari nke zabomotse n’abantu bakahasiga ubuzima. Iyo miryango yaronkejwe
indobo amajana abiri na mirongo itanu (250), ibitenge 250 n’izindi mpuzu
zitandukanye, ibikoresho vy’isuku ku bigeme n’abakenyezi bari mu butinyanka, hamwe
n’amasabune. Huguruwe kandi ku mu garagaro ibombo ry’amazi meza ryasanuwe mu
ntumbero yo kurwanya ingwara ziturutse kw’isuku rike, nk’uko vyashikirijwe na Vouofo
Gapgueu Niguel Brondon, umuyobozi mpuzabikorwa mu kugarukira
ku bahuye n’ivyago mu gisata c’amagara y’abantu no gutsimbataza amahoro
mw’ishirahamwe Rotaract muri Afirika yo
hagati. #Burundi Le @Rotaract9220 et @go_impact sous l'appui de @ONUFemmes @UNFPABurundi assistent les personnes victimes des inondations à #Buterere  regroupées à #Mubone @vouofobrondon pic.twitter.com/hdDci3q5fg Niguel Brondon amenyesha ko imbere yo gushikiriza imfashanyo iyo
miryango habanje kuba isuzumwa ry’ingwara zitandukanye
ku buntu bo muri iyo miryango. Avuga ko abantu basanze baremvye cane
baciye bajanwa kwa muganga n’ishirahamwe Rotaract.  Nzeyimana Innocent aserukira imiryango yegeranirijwe ku Mubone avuga ko iyo miryango ihura n’ingorane zidasanzwe nko kuryama hanze badafise imisegetera. Amenyesha ko iyo imvura iguye mw’ijoro baca bavyuka bagahagarara. Nzeyimana amenyesha kandi ko bamwe muri iyo miryango barembejwe
n’ingwara narirya ata vuriro riri ku Mubone. Asaba Leta n’amashirahamwe yigenga
ko bobubakira amahema babamwo, bakabaronsa ivyo batekeramwo, imiti n’abaganga. Des consultations médicales gratuites ont été faites étant donné que le quartier de Mubone n'a aucun centre de santé #Burundi #Burundi @vouofobrondon @UNFPABurundi @go_impacthttps://t.co/iA7uYVnF31 https://t.co/HZybZNAbMI pic.twitter.com/r7kOR3PfmU Nzeyimana Innocent afadikanije n’umukuru wa zone
Buterere basaba gucira inzira uruzi kinyankonge kuko arirwo nkwezi y’amarere. Bamenyesha
ko urwo ruzi rucamwo amazi avuye mu miserege iva mu makaritiye yo mu buraruko
bw’igisagara ca Bujumbura (Gatunguru na Carama) kandi ko iyo miserege bayiciye gushika
kw’ibarabara RN9 rija mu ntara ya Bubanza. Basaba ko Kinyankonge rwohabwa inzira
gushika mu ruzi Gikoma kuko amazi ava muri iyo miserege azanana umuvuduko
munini agaca yisesa mu mazu yo mu Buterere no mirima ihegereye. Muri ico gikorwa co gushigikirana, amashirahamwe UNFPA
Burundi na ONUFemmes Burundi yaboneyeho akaryo ko gutanga inyigisho zijanye n’irondoka
rijanye n’amagara meza, ihohoterwa rifatiye ku gitsina hamwe n’urukundo mu kibano.
Amatora 2020 : Ba Musitanteri bategerezwa kuzoba bafise   impamyabushobozi ya kaminuza
Kuri
uyu wa gatatu igenekerezo rya 08 Nzero 2020,
Abashingamateka barize bongera baremeza integuro y’itegeko rihindura
itegeko nomero 1/33 ryo kuwa  28 Munyonyo
2014  rigenga amakomine. Abashingamateka
bakaba babonyeko uwotwara  komine yoba
afise  impamyabushobozi ya kaminuza  Pascal Barandagiye, Umushiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yari yagiye gusigura iryo tegeko rishasha yamenyesheje
ko itegeko ryahahora rihinduwe mu ntumbero yo kwisunga Ibwirizwa Shingiro ry’Uburundi
ryemejwe mu mwaka wa 2018. Muri iryo tegeko rishasha Musitanteri azoba afise urupapuro
rw’umutsindo (diplôme) rwa kaminuza.  Kubwa Pasikari Barandagiye, kugira amakomine atere imbere ategerezwa kuba arongowe
n’abantu bahejeje amashure ya kaminuza. Ati : « Twararavye mu makomine dufise mu gihugu, ayafise ba musitanteri
bamaze kaminuza yagize ibibazo bike kurusha ayandi, kandi muze mutohoze neza
aho muherereye, hari ivyo umuntu adashobora gutahura kubera urugero ruto
rw’amashure ». Amenyesha kandi ko ubu amakomine amwamwe atwarwa  n’abafise ayo amashure. Ku bakozi komine yarisanzwe ifise hazokwiyongerako Umunyamabanga
nshingwabikorwa yamaho (Secrétaire Exécutif Permanent) akaba nawe azoba afise
urupapuro rwa kaminuza kandi niwe azoba arasubirira Musitanteri mu gihe yafaririwe. Ikindi
gishasha ni uko umukuru wa zone (Chef de zone) azoba n’imiburiburi yarahejeje
amashure yisumbuye. Akazogenwa na Buramatari w’intara canke umukuru w’igisagara
biciye ku wurongoye komine. Mwomenya ko iryo tegeko rizoterwako umukono n’Umukuru w’Igihugu riciye mu Nama Nkenguzamateka.
CNIDH yashizeho umurwi wo gutohoza ku matati ari hagati y’abigisha n’urunani COSSESONA
Umurwi w’abantu 5, abakomiseri 3 n’abandi nakozi 2 b’umurwi w’igihugu
wigenga ujejwe agateka ka zinamuntu « CNIDH » ngo wige ku bibazo biri hagati  y’abigisha
n’urunani rw’ama sendika COSSESONA Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru
kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 10 Nzero, umukuru wa CNIDH, Nimuraba Sixte Vigny amenyesha
ko bamaze iminsi bashikirizwa imyidogo n’abigisha bamwe bamwe ngo bashaka kwinjizwa
ku nguvu mu runani rw’amasendika COSSESONA mu ntumbero yo gufatana munda. Sixte
Vigny Nimuraba avuga ko kubera bataratororokanya
ivyemezo vyose badashobora kwemeza canke bahakane ivyo bivugwa
imbere yamatohoza. Umukuru wa CNIDH amenyesha ko
gushinga no kwinjira mw’ishirahamwe ari uburenganzira atari agahato. Kuri ubwo
burenganzira, bisigura gushinga ishirahamwe, kwinjiramwo canke kurivamwo. « Twihweje amategeko y’igihugu na mpuzamakungu, kwinjira mw’ishirahamwe
ni ku bushake bw’umuntu nico kimwe no kurivamwo. Nta ngingo nimwe y’itegeko
ikandamiza abantu canke imirwi y’abantu kwinjizwa mw’ishirahamwe ku nguvu ». Mu gihe vyogaragara ko abarimu boba
binjinjwe batabishaka bakongera bagakatwa n’amahera batagishijwe inama, Sixte
Vigny Nimuraba avuga ko amategeko y’Uburundi atomoye ko bazoca batunganirizwa
bakayasubizwa ndetse bakanashumbushwa. Ariko akamenyesha ko hakiri kare
borindira amatohoza agahera. Ku kibazo ca Antoine Manuma
aserukira Sendika SIGEBU na Gérard Niyongabo aserukira SEPEDUC bafunzwe kubera
ugushikiriza amakenga k’urunani COSSESONA, umukuru wa CNIDH ashikiriza ko ico
kibazo bakizi bagiye kugikurikirana bafadikanije n’ubutungane n’abajejwe
intwaro. Umukuru w’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zinamuntu atera akamo abo bose bipfuza kwitura uwo murwi kugira bashikirize inkuru zijanye no guhohotera agateka ka zinamuntu na cane cane ku vyerekeye uburenganzira bwo gushinga no kwinjira mu masendika ko uzobakira iminsi yose ku biro bikuru i Bujumbura canke mu buserukizi bw’uwo murwi buri i Gitega, Ngozi na Makamba canke bagahamagara ku murongo utariha 22 27 71 21 canke whatsapp 68 22 67 67.
Umwimbu w’ibiterwa mbumbarugo mw’irima ry’agatasi wifashe neza mu gihugu cose
Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 7 Ndamukiza, Rurema Déo-Guide umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi yamenyesheje ko umwimbu w’ibiterwa mbumbarugo wifashe neza mu gihugu cose kandi ko ubu ata bantu bahunga igihugu kubera inzara nk’uko vyibonekeje mu myaka ya 2002 na 2016, aho inzara yabica bigacika Umushikiranganji Rurema asigura ko mu cegeranyo cakozwe cerekanye ko umwimbu w’ibigori, umuceri, ibiraya hamwe n’ibiharage wiyongereye ku rugero runini muri iyi myaka ibiri iheze bituma ata bantu bata izabo kubera inzara nk’uko vyagaragaye mu myaka ya 2002 na 2016. Avuga ko uwo mwimbu wabonetse kubera hatanzwe ifumbire ikwiye kandi nziza, imbuto zirobanuye, abarimyi bakigishwa kurima kijambere hakongera hagakorwa ibikorwa vyo kurwanya inkukura. Rurema avuga ko umwimbu w’ibigori wavuye ku matoni ibihumbi 139 211 mu mwaka wa 2015 uja ku matoni ibihumbi 890 162 mu mwaka wa 2020. Umuceri wavuye ku matoni ibihumbi 55 952 mu mwaka wa 2015 uja ku matoni ibihumbi 300 000. Ibiraya vyavuye ku matoni ibihumbi 55 686 mu mwaka wa 2015 uja ku matoni ibihumbi 134 340 mu 2020. Nayo ibiharage vyavuye ku matoni ibihumbi 90 218 bija ku matoni ibihumbi 146 903 n’ibice 3 mu mwaka w’ 2020. Ugereranije imyimbu hagati y’umwaka wa 2015 na 2020, Rurema asigura ko umwimbu w’ibigori kw’ihegitari imwe wavuye ku matoni 0,8268 uja ku matoni 3. Umuceri wavuye ku matoni 5,529 uja ku matoni 6, 45. Ibiraya vyavuye ku matoni 6, 607 bija ku matoni 15, 32. Nayo ibiharage vyavuye kw’itoni 0,6782 bija kw’itoni 1,150. Umushikiranganji Rurema asigura kandi ko umwimbu wiyongereye ku biterwa vy’umuceri n’ibigori bivuye ku bikorwa vyo gutunganya neza imyonga hamwe n’umwaka w’uburimyi. Umushikiranganji w’uburimyi amenyesha ko ku gatasi hibonekeje umwimbu ushimishije ugereranije no mu mwaka wa 2019 ku biterwa vy’ibiraya, ibigori n’umuceri. Rurema avuga ko amakoperative ya Sangwe yo mu ntara ya Cibitoke, amakoperative y’abarimyi bo mu makomine ya Mwakiro na Buhinyuza n’uwigenga wo mu ntara ya Muyinga ari bo bimbuye ibigori vyinshi. Ku muceri, amakoperative yo mu ntara za Cibitoke, Kayanza na Muyinga ni yo yaronse umwimbu mwinshi. Nayo ku giterwa c’ikiraya, amakoperative hamwe n’abigenga bo mu ntara za Mwaro na Kayanza ni bo baza imbere. Mu ntumbero yo kwongereza umwimbu no gufungurira abenegihugu imfungurwa ngirakamaro, Rurema avuga ko hatejwe imbere bimwe mu bifasha mu ngaburo nk’ibizinu, ivyamwa, imboga, inyama, amata n’amagi. Asaba abanyagihugu kubifungura kugira bahindure kamere ko gufungura. Umushikiranganji Rurema avuga ko ivyamwa bimwe bimwe bitavura ingwara ya coronavirus nk’uko bamwe babivuga ariko ko bifasha umuntu kugira amagara meza. Umushikiranganji ahamagarira abanyagihugu gukoresha neza umwimbu baronse muri iki gihe amakungu yose arajwe ishinga n’ikiza ca Coronavirus. N’ayo ku badandaza bikika mu kiza bakaduza ibiciro vy’ibifungurwa, Rurema avuga ko ico kibazo azogishikiriza umushikiranganji bw’ubudandaji kugira bafatirwe ingingo ruhasha. Ubushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi buhamagarira abanyagihugu gukurikiza impanuro zijanye no kugira isuku bahabwa n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu kugira ikiza ca coronavirus ntikibandanye gukwiragira igihugu cose.
Ubushikiranganji  bw’uburimyi burashima intambwe igisata c’ikawa kigezeko kuva urwego ODECA rushinzwe
Mu kiganiro
yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 18 Ntwarante
2020, Deo Guide Rurema, umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi
arashima intambwe igisata c’ikawa kimaze gutera kuva urwego rwa Leta rujejwe
guteza imbere ikawa mu Burundi ODECA rushinzwe mu kwezi kwa mbere 2020. Umushikiranganji
Rurema asigura ko kuva urwo rwego rugiyeho rwihutiye gushikira amatonorero 71
yahora arabwa n’ama sogestal ya Mumirwa, Ngozi, Kirundo-Muyinga na Kirimiro.
Rurema avuga ko amatonorero 11 ari ayo Mumirwa, 31 mu Kirimiro, 15 mu ntara ya
Ngozi na 14 muri Kirundo-Muyinga. Umushikiranganji
amenyesha ko hari amatonorero 10 kugeza ubu acitirirwa ama sogestal kuko
atarashikirizwa urwego ODECA. Amenyesha kandi ko ubushikiranganji buriko buriga
ingene ayo matonorero azokora. Rurema amenyesha ko muri sogestal Mumirwa hari
amatonorero 4 ariyo Muhungu, Ntamba, Kabumburi na Rabiro. Muri sogestal
Kirundo-Muyinga hari amatonorero 3 ariyo Nyamasaka, Kagombe na Buhimba. N’ayo
muri sogestal Ngozi amenyesha ko hariyo amatonorero 3, Rutanga, Rwintare na
Gitwa. Umushikiranganji
Rurema avugako amatonorero 15 y’ikigo ODECA amaze kwugururwa. Muri sogestal
Mumirwa hari amatonorero 6, Mugina, Murwi na Buhayira mu ntara ya Cibitoke.
Muri Kirundo-Muyinga hari amatonorero 8, Burengo, Nyange, Mwendo, Gitwenzi,
Gitobe na Murehe mu ntara ya Kirundo na Rugerero, Gikingo na Gishambusha mu
ntara ya Muyinga. Rurema amenyeshako amatonorero yo muri sogestal Ngozi
azokwugururwa bitarenze kw’igenekerezo rya 25 Ntwarante 2020. Umushikiranganji
Rurema avuga ko umwimbu ungana n’ibiro ibihumbi 106 400 n’ibice 5 vy’ikawa
nziza ihishiye hamwe n’ibiro ibihumbi 16 804 vy’ikawa ihishiye y’ibisorwa ariwo
umaze kwegeranywa ku matonorero ya ODECA n’abigenga. Rurema arahumuriza
abarimyi b’ikawa ko ihemba rya mbere ritegzkanijwe imbere y’igenekerezo rya 10
Rusama 2020. Rurema avugako
Leta yugururiye imiryango abantu bose bipfuza gukorera mu gisata c’ikawa.
Rurema amenyesha ko gushika kw’igenekerezo rya 25 Ntwarante uwutazoba arasaba
uburenganzira atazoba acemererwa kuko ari isango ya nyuma kandi ko ikigo ODECA
kizoca cakira umwimbu w’ikawa aho hose hatagira uwuwakira. Umushikiranganji
Rurema amenyesha ko amashirahamwe y’abigenga 3 ariyo amaze gutanga ingwati mu
kigo ODECA mu ntumbero yo kwerekana ko ashobora gukora no guhemba abarimyi.
Nayo ishirahamwe ETS Kaneza Lethitia ryatanze imiriyoni 123 750 000
z’amafaranga y’amarundi, ishirahamwe MATRACO ritanga imiriyoni 100 000 000
n’ishirahamwe Kayanza Spéciality Coffee ryatanze imiriyoni 50 000 000. Ku makuru avuga
ko avuga ko mu ntara ya Kayanza ikawa yahishiye cane aho yatanguye gukoragurika
maze abanyagihugu batanguye kuyisya ku nsyo no ku mabuye, umushikiranganji
Rurema yamenyesheje ko ayo makuru yaciye ku mbuga ngurukanabumenyi ari ikinyoma.
Avuga ko ari igiti kimwe canke bibiri vyahiriyeko abantu bafise ikintu
cihishije inyuma bagaca bavuga ko ikawa yose yahishiye. Mwomenya ko
urwego ODECA rwagiyeho kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu kw’igenekerezo rya 7
Nzero 2020. Urwo rwego rukaba ruhamagarira abajejwe intwaro, umutekano,
ubutungane gukorana neza n’abanyagihuhu mu ntumbero yo kugwanya aboshora ikawa
mu kinyegero mu bihugu bihana imbibe n’uburundi.
Ubushikiranganji bw’uburimyi bwatanguje icese isekeza ryo kwamura ikawa ihishiye
Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 20 Nzero 2020, umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi ; Déo Guide Rurema yatanguje icese ku mutumba wa Muzenga, zone Buhayira ya komine Murwi, intara ya Cibitoke isekeza ryo kwamura ikawa ihishiye. Ubwo Ubushikiranganji bumenyesha ko uno mwaka ikawa nziza izogurwa amafaranga 550 nayo ibitorwa amafaranga 275 ku kiro kandi abarimyi b’ikawa bazohembwa amafaranga ya mbere mu kwezi kwa gatanu mu gihe aya kabiri bazoyaronka mu kwezi kw’umunani. Déo Guide
Rurema amenyesha ko Leta yafashe mu minwe ikibazo c’ikawa kuko hari
amashirahamwe yahora akorera muri ico gisata aheruka kugarwa kubera ko yafatira
amaboko imugongo abarimyi b’ikawa mu kubahemba intica ntikize, ayandi
akabaheranira, ayandi ntiyinjize mu gihugu amahera y’agaciro akabesha ko
yaheraniwe iyo yashoye iyo kawa. Niho haca hashingwa ikigo ca Leta kijejwe
igisata c’ikawa ODECA kugira gitorere inyishu ibibazo biri muri ico gisata. Umushikiranganji
Rurema arahumuriza abarimyi b’ikawa ko nabo bagiye gutubukurura umukanda. Avuga
ko kuva muri uno mwaka w’irima wa 2020 ushira 2021 ku kiro c’ikawa Leta yongeyeko
ibice ibice 10 kw’ijana ku biciro vyahahora.  Ikiro  c’ikawa
nziza kizogurwa amafaranga 550 mu gihe cahora ku mafaranga 500 n’ayo ibihubwa
bikazogurwa amafaranga 275 mu gihe cahora ku mafaranga 250.  Abarimyi ntibishimiye ivyo biciro N’ubwo biri
uko abarimyi bamwe mu bari ng’aho ntibishimiye ivyo biciro. Yohani Misago avuga
ko umurimyi w’ikawa asumbwa kure n’iyo n’umurimyi w’ibiyoba kuko ikiro
c’ibiyoba bitonoye kigeze ku 4000 mu gihe nawe aharuye amafaranga akoresha mu
gukorera iyo kawa asanga yungutse amafaranga 120 ku kiro kimwe. Afatiye kuri
ayo makenga, Umushikiranganji w’uburimyi avuga ko mu mwaka wa 2016 ikiro
c’ikawa nziza cagurwa amafaranga 360 ariko Leta yafashe ingingo yo kuduza
igiciro gushika ku 500. Rurema arahumuriza abarimyi b’ikawa ati: « Ubushikiranganji nibwo buzokurikirana
igikorwa co gushora ikawa hanze y’igihugu. Dusanze umwimbu warisununuye
tuzotanga akarusho ku barimyi, mu gihe amashirahamwe yahora akorera muri kino
gisata yahora yama avuga ko yahomvye, ata na rimwe yavuga ko yungutse ». Umushikiranganji
Rurema avuga ko Leta yiteguriye gukorana mu gisata c’ikawa n’amashirahamwe
yigenga ariko abanje kwerekana ubuhinga n’uburyo bafise. Ahamagarira abantu
kwijukira kurima ikawa kuko ubu bashobora gutera n’ibindi biterwa mu bipimo
vy’ikawa bigatuma umwimbu wiyongera. Avuga ko ivyo biterwa biheza bigatanga
ibisasizo bizovamwo amase gutyo umurimyi inzara akabaza kandi ikawa ikaguma
itotahaye.  Imvo zituma ikawa ita akanovera ziri ubwoko
bwinshi Ruruvuye
Royizi, umugenduzi mu buhinga bwo gutonora ikawa avugako imvo zituma ikawa ita
akanovera ari nyinshi. Asigura ko kenshi ikawa yononekarira mu mirima igihe
batayikwirikiranye neza mu kuyipompano kuyisasira. Uwo mugenduzi asigura ko mu
gushora ikawa ihishiye babanza kuyitora
bagakuramwo iziboze. Izisigaye baca bazisuka mu mazi arimwo urusenga.
Ikawa ikomeye ica yibira mu mazi. Iyo niyo igurwa menshi n’ayo ibihubwa bica
bija hejuru. Ruruvuye avugako n’iyo bayitonoye
ikawa ikomeye ija musi iyindi ikomeye bukebuke ija ku ruhande n’ayo
ibihubwa biguma bireremba hejuru y’amazi. Ruruvuye
ahamagarira abarimyi b’ikawa bo muri komine Murwi kurwanya ikawa ya magendo
ishorwa mu bihugu bibanyi. Abasaba kutayitonorera muhira kuko ica iguma ita
akanovera gutyo ntibe icinziza amahera y’agaciro nk’uko Leta yavyipfuza. Mwomenya ko
iryo sekeza ritanguye mu gihe abanyagihugu bari mw’iyimbura ry’ivyo barimye ku
gatasi. Umushikiranganji Rurema akaba abasaba kutamanika akaguru mw’ikoma ngo
vyarangiye ahubwo bijukira kurima kandi umwimbu bawubike mu bigega vyabigenewe
kuko benshi baca bawumarira kw’isoko.
Umwimbu w’agatasi wifashe neza mu Burundi
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu
wa gatatu igenekerezo rya 19 Nzero 2020, Déo Guide Rurema, umushikiranganji w’uburimyi,
ubworozi n’ibidukikije amenyesha ko umwimbu w’agatasi mu mwaka wa 2019 ushira
uwa 2020 wagenze neza muri rusangi. Avuga ko umwimbu mwiza wabonetse canecane
ku biterwa vy’ibinyantete nk’ibigori n’umuceri hamwe n’ibiterwa bishorera mu
kuzimu nk’imyumbati, ibiraya, ibijumbu, ibisunzu n’ibindi. Nayo ku biterwa
bimwe bimwe biri mu mugwi w’ibinyamikerera nk’ibiharage bisanzwe bitarinda
amazi menshi, Rurema amenyesha ko umwimbu wavyo utabonetse ku rugero
rushimishije kubera imvura nyinshi yibonekeje muri ico gihe cirima. Rurema amenyesha ko uwo mwimbu wabonetse ku twigoro Leta igira ibicishije mu bushikiranganji bw’uburimyi mu kuronsa abarimyi ifumbire, imbuto zirobanuye hamwe n’imiti y’ibiterwa ku giciro kitavuna. Muri iyo ntumbero Leta ikaba ihimiriza abanyagihugu gukorera mu makoperative yo ku mitumba, aho yatanze umutahe w’imiliyoni cumi  ku mutumba bituma haba akarusho kanini mu kugwiza umwimbu. « Uwo mwimbu tuwukesha kandi umwete w’abarimyi bitanga mu kurima bakurikije imigambi, impanuro n’inyigisho bahabwa biciye ku bahinga basanzwe  babakurikirana, bakitwararika kurima bakingira isi ndimwa mu guca imikobeko ku misozi ihanamye bakayiterako ubwatsi bakongera bakijukira gutera ibiti bibana n’ibiterwa ».   Umushikiranganji Rurema ahamagarira abarimyi
kudasesagura umwimbu bimbuye Nk’uko vyibonekeza
mu mihingo myinshi y’igihugu, abagabo n’abagore batari bake bahereza mw’isoko
utwo bimbuye gutyo inzara ikaguma iba ndanse mu miryango. Kuri iyo mvo, umushikiranganji
Rurema ahamagarira abarimyi kudasesagura umwimbu bimbuye nk’ibigori mu kubishora
mw’isoko canke mu kubikoramwo inzoga zitemewe
n’amategeko nk’umugorigori n’umudiringi. Ahamagarira kandi abarimyi ko
batoahora umwimbu mu bihugu bibanyi babicishije mu nzira zinyuranye
n’amategeko. Umushikiranganji ahamagarira nyabuna abarimyi gushingura umwimbu
wabo mu bigega rusangi vyabigenewe kugira bazowukoreshe mu gihe kibereye. Ku badandaza bikika mu kiza bakarangura umwimbu ku giciro gitoyi bakongera bakawushora mu bihugu bibanyi bidaciye mu namategeko, umushikiranganji Rurema agira ati: « Tugiye gukurikiranira hagufi abariko bapfukama mu nda abarimyi. Uwo wese azofatwa ariko arakora urudandazwa rw’umwimbu w’ibifungugwa ruteye kubiri n’amategeko azohanwa vy’akarorero ». Asaba abafise amahinguriro guhingura umwimbu maze ushorwe hanze ufise akaranga k’Uburundi maze winjirize igihugu amafaranga y’agaciro. Umushikiranganji
w’uburimyi asaba abajejwe intwaro n’abahinga bajejwe uburimyi ku rwego
rw’intara guterera umuganda mu gutuza ingeso mbi zose zijanye no gusesagura
umwimbu kugira abanyagihugu ntibazobure ico bafungura kandi bari bimbuye. Rurema
ahamagarira abarimyi bose kwitabira ibikorwa vyirima ry’impeshi. Abasaba gutera kare kugira bazoshobore kwimbura kuko
abahinga b’ikirere bijeje abarimyi ko imvura izogwa gushika mu kwezi kwa
Rusama.  Ku barimyi bikawa Rurema abatera akamo kwitabira
isizeni y’uwu mwaka wa 2020 ushira uwa 2021igiye gutangura, mu gukurikiza
intumbero nshasha ya Leta ijanye no gusubiza mu minwe yayo igisata c’ikawa.
ODECA: Urwego rushasha rugiye gutunganya igisata c’ikawa
Urwego
rushasha “ODECA” rujejwe guteza imbere igisata c’ikawa, rugiye gushikiriza
abarimyi n’abakorera muri ico gisata igiciro cisununuye kizohabwa abarimyi
bashoye ikawa yabo ku matonorero. Amashirahamwe SECASB et E.CO.G.I.A yahagaritswe
mw’iyi sizeni ya 2020-2021 “Mu
ntumbero yo gukwirikirana neza igisata c’ikawa n’ibiciro vyayo, Leta yasizeho
urwerwo rushasha ruzokora ibikorwa vyose bijanye n’igisata c’ikawa  ODECA”,
bishikirizwa na Déo Guide Rurema, Umushikiranganji w’ibidukikije, Uburimyi
n’Ubworozi mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu
igenekerezo rya 29 Nzero 2020. Urwo rwego rushasha amenyesha ko rwasubiriye
urwahahora ari rwo ARFIC kandi ruzokurikirana ibikorwa vyose vyahora bikorwa n’amashirahamwe
nka CNAC MURIMA W’ISANGI,   INTERCAFE
hamwe n’amahinguriro ya Leta SODECO na SOGESTAL. Ayo mashirahamwe asabwa
gushikiriza urwo rwego ibikoresho vyose yahora akoresha kugira ibikorwa vyose
bibandanye ata ntambamyi. Umushikiranganji w’Ibidukikije,
Uburimyi n’Ubworozi amenyesha ko abarimyi bikawa bose bohumura kuko mu kiringo
gito Leta y’Uburundi ibicishije muri urwo rwego rushasha ODECA igiye
gushikiriza abarimyi bose n’abakorera muri ico gisata igiciro cisununuye
ugereranije n’icahahora kizohabwa abarimyi bazoshora ikawa yabo ku matonorero.
Mu gihe ikiro c’ikawa nziza ishowe kw’itonorero cahora kigurwa amafaranga 500 n’ayo
iyifise agasembwa 250, ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi busaba
abazokwemererwa gukorera mu gisata c’ikawa kwubahiriza igiciro kizoshingwa na
ODECA. Déo-Guide Rurema
amenyesha ko igiterwa c’ikawa kiza imbere mu biterwa njabukamazi bifise akamaro
kanini mu buzima bw’igihugu n’imiryango y’abarimyi batobato. Ico giterwa kikaba
cinjiza amafaranga y’agaciro ku rugero rungana n’ibice 60 kw’ijana. Ku bijanye n’abantu
bashora ikawa y’Uburundi mu mahanga ntibazane amafaranga y’agaciro bavuga ko
abaguzi babo babaheraniye, umushikiranganji Rurema avugako ubushikiranganji
arongoye bugiye kugikurikirana ico kibazo kugira bamenye ahari ingorane.
Basanze vy’ukuri baraheraniwe, avuga ko buzofata ingingo bibaye ngombwa bakurwe
ku rutonde rw’abaguzi.  Uwo mushikiranganji amenyesha
ko amashirahamwe SECASB et E.CO.G.I.A yahagaritswe mw’isizeni ya 2020-2021 yimirije
gutangura muri Ntwarante.  N’ayo amashirahamwe yahagaritswe mw’isizeni ya 2019-2020 ataratunganya ivyo basabwe mu guhagarikwa ntarekuriwe gukorera mu gisata c’ikawa. Amenyesha ko bategerezwa kubikora kuko Leta itazokwemerera abayisahura ubutunzi bwayo ibona. Ayo mashirahamwe ni CPC/KPC, RISCA, RUDECO, ETS NIYONZIMA Jean Marie; amakoperative nka GARUKIRIKAWA, TUGARUKIRE IGITERWA C’IKAWA, NIZIWACU DUTEZE IMBERE na  IGITERWA C’IKAWA. Déo-Guide Rurema ati: “Mw’isizeni ya 2019-2020, umwimbu w’ikawa
wabonetse ku rugero rutoyi ugereranije n’uwo bari biteze. Habonetse amatoni
ibihumbi 47 845 n’ibice 6, hari hitezwe amatoni ibihumbi 75 928 n’ibice 6. Mw’ikawa
ishorwa hanze hamaze gutonorwa amatoni 7 511 n’ibice 5. Hamaze kugurishwa
amatoni ibihumbi 6 254 n’ibice 2 ku madorari y’abanyamerika imiriyoni 15 221
142 n’ibice 6, hamaze gushika mu kigega ca Leta imiriyoni 5 002 558 n’ibice 19.
Uwu mwaka wa 2020 ushira 2021, ubushikiranganji bwizeye ko umwimbu w’ikawa
uzoba mwiza kurusha umwaka uheze kuko ibuharuro vyerekana ko hazoboneka amatoni
y’ibiturumbwe ibihumbi 136 792”. Ku bijanye n’abakozi bo
mu mashirahamwe yugawe boba batarahembwa, Rurema ashikiriza koayo mashirahamwe
ategerzwa gutanga ibirarane vy’imishara y’abakozi hatibagiwe  amadeni bafitiye leta, Regideso n’ayandi
mashirahamwe. N’ayo kw’ikawa ya Robisita iriko irarandurwa mu kiyaya c’imbo,
avugako iyo kawa ata mwimbu mwinshi itanga ugereranije na Arabuca ari nayo
irimwa ku gataka kanini k’igihugu.  Ku
kijanye no gutera ibindi biterwa mu gipimo c’ikawa, Rurema avugako mu
bushakashatsi bwakozwe basanze ata ngorane bitera kuko hari n’ibiterwa bizana
igitutu bigatuma isi igumana akabongera ndetse biranafasha mu kugwanya inzara
mu miryango. Mwomenya ko mu gushinga
igiciro c’ikawa nziza ku kiro amashirahamwe ya CNAC, INTERCAFE na ARFIC yabanza
gukuramwo amafaranga azokoresha bigatuma umurimyi ataronka agahembo kisununuye
kandi akoresha inguvu nyinshi
Abanyeshure barenga 12 000 nibo bitezwe gukora ikibazo ca Reta co mu mwaka w’icenda mu gisagara ca Bujumbura
Abanyeshure 12 066 nibo bategekanijwe mu gisagara ca Bujumbura kuzokora  ikibazo ca Reta kibaha uburenganzira bwo kuja mw’ishure ry’inyuma y’ishure nshingiro. Nk’uko bishikirizwa na Tuhabonyimana Patrice, umuyobozi ajejwe indero mu gisagara ca Bujumbura, ico kibazo giteganijwe ku magenekerezo ya 9 gushika 11 Ruheshi 2020 kizokorerwa  mu bibanza 44 Kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 05 Ruheshi 2020, ikinyamakuru Ejoheza News caragendeye amashure ya nshingiro ya Lycée du Lac Tanganyika ya kabiri na Lycée Notre Dame de Rohero mu ntumbero yo kuraba aho imyiteguro igeze mu gihe abanyeshure bo mumwaka w’icegenda w’ishure nshingiro bazokora ikibazo ca Reta ku musi wa mkabiri igenekerezo rya 09 rusama. Abamenyeshamakuru basanze abarezi bariko barasubiriramwo ivyirwa abarerwa babo.  Bamenyesha ko imyiteguro yaheze kiretse ko baribo barasubiriramwo bimwe mu bibazo vya « Concours »hamwe  na « Épreuve-types » zagiye zirakorwa kuva muri 2016. Bamenyesha kandi ko kuva mu gice ca mbere bagiye barakoresha ibibazo vy’ukwimenyereza bita « Tests d’entraînement ». Nimpagaritse Pierre, umwigisha wo kw’ishure bitira ikiyaga Tanganyika ya kabiri (Lycée du Lac Tanganyika II) atanga ivyirwa vy’ubuhinga « Sciences et Technologies » mu mwaka w’9 avuga ko ageze  ku rugero ry’ibice birenga 95 kw’ijana mu cigwa yigisha. Asigura ko kuba atarashika ku bice 100 kw’ijana vyavuye ku nteguro ndende. Avuga ko ari icigwa kimwe « leçon » asigaje kwigisha. Kubijanye n’isubiramwo canke ibindi amenyesha ko atangorane biteye kuko abanyeshure babironswa ku bwinshi. Kubijanye n’uko iryo shure ryaronse amanota make mu kibazo ca Concours c’umwaka uheze,  Nimpagaritse Laurent, umuyobozi w’iryo shure amenyesha ko rimwe na rimwe biva ku gusamara kw’abamenyeshure canke abavyeyi badakurikirana abana babo mu kubahimiriza kwiga. Ariko amenyesha ko bafadikanije n’abavyeyi, abigisha barezi hamwe n’abanyeshure ubwabo ko uyu mwaka biteze umwimbu ushimishije kuko abanyeshure bakurikiranywe neza. Abanyeshure 210 akaba aribo bazokora ico kibazo kuri iryo shure rya Lycée du Lac Tanganyika ya kabiri. Nsabimana Pierre Joseph, umuyobozi wa Lycée Notre Dame de Rohero amereza ko abigisha bahejeje ivyigwa. Aremeza kandi ko imyimenyerezo, isubiramwo hamwe no gufasha gukosora ibibazo vyagiye birakorwa mu myaka iheze ko ari vyo biriko birakorwa n’abarezi nk’uko nabisabwe n’ubuyobozi bw’indero mu gisagara ca Bujumbura. Kubijanye n’umwimbu, uwo muyobozi amenyesha ko ata makenga afise kuko iryo shure ryama riza mu bibanza vya mbere. Akabirya ngo ukwitanga, utwigoro hamwe n’ukwihebera akazi abo basangiye kurera kuri iryo shure bama berekanye. Tubajije ubuyobozi bw’indero mu gisagara ca Bujumbura bwatumenyesheje ko imyiteguro iri ku rugero rwa 99 %. Nayo ngo kuba igisagara ca Bujumbura kiza mu bibanza vy’inyuma Ku rwego rw’igihugu, ngo biva ku bitigiri binibini bituma abana badakurikirana uko bibereye. Ariko,ubwo buyobozi bukamenyesha ko buriko bwisuganye mu gushiraho ingingo zumvikanywe na bose zotuma umwimbu wisununura, nko gufasha gukosorera abana bakaba ibibazo vyagiye birakorwa mu mwaka irenganye hamwe n’izindi. Abanyeshure ngo bariteguriye Kuri lycée Notre Dame ya Rohero, bamwe mu banyeshure   b’umwaka w’9 twayaze baratubwiye aho bageze mu kwitegura. Ndabarushima Christian ni umwe muri abo, we avuga ko aza amaze kwitegurira ico kibazo. Nk’uko abishikiriza ngo yatanguye kwitegurira ico kibazo kuva agitangura umwaka w’icenda. Ubu ngo ariko anoganza  ivyirwa bimwe hamwe nogukurikirana ikosorwa ry’ibibazo vya Reta vyakozwe mu myaka iheze. Ndabarushima Christian ngo aravye ukwitanga kw’abarezi hamwe n’ukungene bakurikiranwa ( encadrement) avuga ko  yizeye kuzomenya muri ico kibazo. Na mugenzi bigana azwi kw’izina rya Iteriteka Israëlla, agira ati « Abigisha baraduteguye bikwiye kandi natwe abanyeshure ntitureze amaboko turiko  twiga neza kandi twitegura neza ». We, yipfuza ko yoronka amanuta  150 ku 200. Abo banyeshure bakavuga ko igituma bizeye cane gutora ico kibazo ari uko iryo shure riri mu mashure atora ico kibazo. Bagatanga akarorero ko abanyeshure 76 biga kuri iryo shure umwaka uheze bamenye bose. Ivyo bikaba vyemezwa na bamwe mu banyeshuye yigisha twaganirije. Dushime Eddy, uwuserukira ishure ry’uw’icenda A (délégué de classe) kw’ishure ryitiriwe ikiyaga Tanganyika yemeza ko abigisha babafasha mukubasubiriramwo ivyirwa canke mu kubakoresha utubazo twinshi mu ntumbero yokubafasha gutegera ukungene ico kibazo ca Reta gikorwa na rirya ngo azoba ari ubwambere bagikoze. Yizeye ko bazogitora. Umuyobozi ajejwe indero mu gisagara ca Bujumbura asaba abanyeshure kwitegura neza no kudaterwa ubwoba n’ico kibazo kuko ari ikibazo nk’ibindi basanzwe bakora.
Umurwi w’igihugu CNIDH uranebagura ingingo yo gukata amafaranga ku mishahara y’abigisha
Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru
kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 21 Nzero 2020, uworongoye umurwi w’igihugu ujejwe
agateka ka zina muntu CNIDH, Dr Sixte Vigny Nimuraba amenyesha ko umurwi arongoye
unebagura amasezerano yashiriweko igikumu mu Kayanza, ategekanya gukata
amafaranga ku mishahara y’abigisha bose bari mu masendika n’abatayarimwo. Avuga
ko atakurikije amategeko y’igihugu na mpuzamakungu. COSSESONA isabwa gusokora ibirego
bari bitwariye abakuru b’inani  Inyuma yaho abigisha bamwe bamwe bashikirije ibirego vyo kwiyamiriza kwinjizwa
ku nguvu mu runani rw’amasendika y’abigisha COSSESONA, umurwi ujejwe agateka ka
zina muntu CNIDH wafashe ingingo inomero 11/BUR/CNIDH yo ku wa 10 Nzero 2020,
ishinga umurwi w’abantu 5  kugira
batohoze iyo myidogo kandi wategerezwa gutanga raporo mu kiringo c’imisi 7. « Umurwi ujejwe agateka ka
zina muntu uranebagura amasezerano yashiriweko igikumu mu Kayanza, ategekanya
gukata amafaranga ku mishahara y’abigisha bose bari mu masendika n’abatayarimwo,
ntiyakurikije amategeko y’igihugu na mpuzamakungu ». CNIDH iremeza ko ugukata ayo mafaranga ku mishahara y’abigisha batagishijwe
inama ngo bavyemere ari uguhohotera uburenganzira n’umwidegemvyo wabo mu
mashirahamwe bisanzwe bikingiwe n’amategeko y’igihugu na mpuzamakungu ategekanya
ko kwinjira mw’ishirahamwe, harimwo n’amasendika, ari uburenganzira bwa buri
muntu wese ko atari agahato. Dr Nimuraba amenyesha ko urunani Cossesona rwategerezwa kubanza kuja inama
n’ingingo n’abigisha, ikabasigurira
inyungu zo kwinjira muri urwo runani rwo gufatana mu nda, imbere y’uko babakata
intererano ku mishahara yabo. Uyo murwi ujejwe agateka ka zina muntu uranebagura inyifato y’abarongoye amasendika atari mu runani Cossesona yo gutuka abo batari kumwe babicishije ku mbuga ngurukanabumenyi. « Iyo nyifato iragayitse ». CNIDH irahamagarira abegwa n’ayo matati gushira imbere ibiganiro aho kwama bariko bararyotazanya. « Naho umurwi ujejwe agateka
ka zina muntu ushigikiye poritike y’igihugu yo
gushigikirana, ugukata imishahara y’abakozi biba inyuma yo kugishwa inama kandi
bikagaragarira mu rwandiko ruriko umukono, nkuko bigenda mu ntererano zindi zitangwa
mu masendika ». Umurwi w’igihugu  uributsa ko kiretse
uburenganzira Reta ihabwa n’amateka n’amategeko agenga igihugu n’ibindi bimwe
bimwe bishobora kurekurwa nayo mategeko, umushahara w’umukozi nta numwe
ashobora kuwihagira. Umenyesha kandi ko ingingo zifashwe zo gukata imishahara hatagishijwe
inama n’ingingo abo biraba ari guhohotera uburenganzira bwo ku mutungo wabo.  Ingingo
zafashwe                                                                     Kugira ico kibazo gitorerwe umuti urama, umurwi w’igihugu cnidh umenyesha
ko Ubushikiranganji bujejwe abakozi ba Reta, akazi no gutanga akazi, bobangira ku gikorwa co gukata ku
mishahara y’abigisha mu kurindira ko bushikirizwa inzandiko abigisha babishaka
bateyeko umukono biyemeje ko binjiye kandi biyemeje guterera mu runani COSSESONA.
Usaba kandi ubwo bushikiranganji kubahiriza ubushake bw’abigisha bafashe
ingingo yo kuva mu runani barimwo. Komisariya nkuru y’igipolisi cerekeye ubutunganeisabwa kurekura abaserukira abari mu mashirahamwe aharanira
inyungu z’abigisha bapfunzwe kandi bariko baharanira       amateka yabo kugira hashirwe imbere umwumvikano hagati y’abari
mu matati. Urunani COSSESONA rusabwa gufata ingino zose zibereye kugira ngo kwinjira
mu runani no mu vyo gufatana mu nda bibe kugushaka kwa buri wese, ata gahato,
kandi umwarimu ku giti ciwe, hisunzwe amategeko n’amasezerano mpuzamakungu
agenga ivy’akazi no gushigikirana akwirikizwa mu Burundi. Urwo runani rusabwa kubandanya
igikorwa co kumvisha abarimu umugambi wo gushigikirana habayeho kwirinda ico
cose coza gitera ubwoba abarimu, kigahungabanya ubwigenge bwo kuja mu runani rw’abakozi
n’uburenganzira bwo kubaho ata nkomanzi no gutunganirizwa mu kazi. Rusabwa kubahiriza
ingingo ziri mw’isezerano rigira 87 ry’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe akazi n’abakozi
zishimangira uburenganzira bwo gushinga amashirahamwe be n’inani zihurikiyemwo amashirahamwe
aharanira ineza y’abakozi no kuzinjiramwo ata gahato. « Kwerekana ku mugaragaro ingene amafaranga yakaswe mu mwaka 2017
na 2019 yakoreshejwe kugira buri mwigisha wese abikeneye abimenye, ivyo vyotuma
haba umuco no kumvisha abigisha ikoreshwa neza ry’amafaranga bakaswe. Kwerekana
neza abigisha bari mw’ishirahamwe riharanira uburaro bw’abigisha (FLE) batari
mu runani cossesona ingene amateka yabo bemererwa n’amategeko y’iryo shirahamwe
azokingirwa. Guhagarika igikorwa cose c o gukata amafaranga y’intererano mu
kurindira urutonde rushasha rw’abanywanyi bazoba binjiye muri uwo mugambi wo
gushigikirana kw’abigisha, gushikiriza ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi
urutonde ntabanduka rw’abigisha bazoba binjiye muri uwo mugambi w’igihugu wo
gushigikirana kw’abigisha. Guhimiriza amashirahamwe agize cossesona
kumenyekanisha ku bigisha amategeko mpuzamakungu n’ay’igihugu yerekeye
ubwigenge bwo kuja mu runani rw’abakozi n’ikingirwa ryabo. Kubahiriza ubushake
bw’abigisha bafashe ingingo yo kuva mu nani z’abakozi bari bahurikiyemwo. Gusokora
ibirego bari bitwariye abakuru b’inani SYGEPEBU na SEPEDUC ».  Abarongoye inani SYGEPEBU na SEPEDUC
basabwa guharanira inyungu zabo habayeho kubahiriza amategeko n’ibiganiro
vyubaka, hamwe no kurondera kumvikana n’abarongoye urunani cossesona.  Abayobozi b’indero mu ntara no mu makomine bahamagariwe kwirinda kwivanga
mw’itunganywa ry’amashirahamwe y’abigisha Umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro vyerekeye akazi CNDSusabwa gutanguza ibiganiro hagati y’amashirahamwe y’abigisha bari
mu runani cossesona n’abatarimwo kugira hatorwe inyishu ku matati yerekeye
akazi. « Kwirinda gufata
iya mbere mw’itunganywa ry’ubutunzi bwa cossesona kugira habeho gukingira ubwigenge
bwayo nk’urwego rujejwe gutatura amatati yerekeye iyo ntererano ku bigisha ». Abigisha basabwa kwama bashira imbere umutima wo gushigikirana,
bagaharanira inyungu zabo mu mutekano bashize imbere ibiganiro vyubaka no
gushigikira mu bwigenge umugambi wo gushigikirana.  Inyuma y’umwihwezo w’iryo tohoza, umurwi w’igihugu CNIDH umenyesha ko ushigikiye
gufatana mu nda kwiyumviriwe na cossesona, kuko bijanye n’ishirwa mu ngiro ry’itegeko
ry’Umukuru w’igihugu No 100 / 33 ryo ku wa 11 Rusama 2018, rishiraho umusi mukuru
w’igihugu wahariwe gufatana mu nda.  Kugira amatohoza agende neza, Dr Nimuraba avuga ko umurwi wari ubijejwe
wakoresheje ubuhinga buwutuma uronka inkuru nyinshi ukeneye. « Umurwi wavuganye nabo biraba nka bose
harimwo uwurongoye Cossesona n’abandi 5 bagize ibiro nshingwabikorwa muri urwo
runani, abashingwamanza ba cossessona, urunani COSYBU na CSB, abaserukira
amasendika ahurikiye mu runani Cossesona : CONAPES, STEB, SLEB, SPESBU,
SYNAPEP na SYNATEM. Uwo murwi waravuganye kandi n’amasendika adacuditse
cossesona ariyo SYGEPEBU na SEPEDUC hamwe n’umuyobozi mukuru mu rwego rw’igihugu
rujejwe gutatura amatati CNDS». Amenyesha kandi ko uwo murwi wishimikije ivyavuzwe n’abarimu basanze ku
kivi mu gihugu hagati, ibirego vyashikirijwe n’abarimu biciye kuri whatsapp,
bongera baraca irya n’ino amategeko y’igihugu na mpuzamakungu agenga itunganywa
ry’amashirahamwe yigenga harimwo amasendika.
Abigeme bashika ibice 32 kw’ijana nibo biteguriwe kwakirwa muri Kaminuza y’Uburundi mu mwaka w’ishure wa 2019-2020
Umwaka w’ishure wa 2019-2020 muri Kaminuza y’Uburundi uzotangura kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 20 Nzero 2020. Abanyeshure 4.801 bahejeje mu mwaka wa 2018 hamwe n’abamenye muri 2017 batari baje kwiga, nibo bakwiragijwe mu bisata bitandukanye vya Kaminuza y’Uburundi « Iyandikwa
nyezina mu bisata bitandukanye vya kaminuza ryatanguye kuri uwu munsi wa 2
igenekerezo rya 14 Nzero, rikazorangira ku munsi wa 3 igenekerezo rya 22 Nzero 2020
igihe c’isaha 6 z’umurango », nk’uko
vyashikirijwe na Faraswa Havyarimana arongoye iyo kaminuza, mu kiganiro yahaye
abanditsi n’abamenyeshamakuru. Havyarimana,
Umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi amenyeshako iryo kwiragizwa ry’abanyeshure mu
bisata vya kaminuza ryisunze igitigiri c’abanyeshure igisata cose gishobora
kwakira, ivyo umunyeshure yize mu mashure yisumbuye hamwe n’amanota yarose mu
kibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kuja muri kaminuza kugira ntihagire
abanyeshure baja mu bisata bashaka mugabo ata bumenyi buhagije bafise bwo kuvyigamwo.
Ati : « Umuntu ntiyiga ivyo ashaka,
yiga ivyo ashoboye ». Havyarimana
ashikiriza ko mu banyeshure 4801 bakwiragijwe muri ivyo bisata, 2793
barashoboye kuronka kimwe mu bisata bari basavye, nk’uko intumbero nshasha y’Ubushikiranganji
bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi iha umunyeshure uburenganzira bwo kwitorera
ibisata 3 ashaka kwigamwo. Ni ukuvuga ibice 58 kw’ijana vy’abari
biyandikishije. Muri bo, abigeme bakaba bashika hafi ibice 32 kw’ijana. Ariko
abakoze ikibazo mu gisata c’ubuganga n’igisata co gutororokanya ibiharuro
bikorerwako mw’iterambare ntibarimwo. Uko abanyeshure
bakwiragijwe mu bisata Mu
gisata c’ubutunzi harungitswemwo abanyeshure 401, mu mategeko 150, mu bijanye
n’ubuhinga (Faculté des Sciences) 396, mu buhinga (Faculté des Sciences de
l’Ingénieur) 257,  ubudandaji (ISCO) 460,
kwinonora imitsi 123, imibereho y’abantu (FPSE) 398, mu burimyi n’ubworozi 354,
kwigisha (IPA) 1075, mu ndimi n’imico y’abantu (FLSH) 1087, ubuganga 100, mu
gisata co gutororokanya ibiharuro bikorerwako mw’iterambere 103, mu gisata co
gutunganya amatongo 100.  Umuyobozi
wa Kaminuza y’Uburundi amenyesha ko abanyeshure
bazokwiga mu gisata c’ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru TIC bazokora
ikibazo mu ntango z’umwaka w’ishure kandi ko abo kizonanira bazoguma biga mu
bisata bari biyandikishijemwo. Nta munyeshure arekuriwe guhinduza igisata bamuhaye Umuyobozi
wa kaminuza amenyesha abo banyeshure ko batazokwakira amakete y’abasaba
guhinduza ibisata bahawe. « umuntu ntiyiga
ivyo ashaka ariko yiga ivyo ashoboye ». Avuga ko bazokwakira amakete y’abatarose
ibisata ariko bari biyandikishije kandi bakwije ibisabwa. Ayo makete akaba azokwakirwa
gushika kw’igenekerezo rya 22 Nzero 2020 igihe c’isaha 6 zo mu gatondo. Akabasaba
ko boja kwiraba ku ntonde zimanitse mu kigo c’iyo kaminuza kiri mwi Rohero, i
Zege mu ntara ya Gitega hamwe n’i Nyamugerera muri Musigati mu ntara ya Bubanza
kuva kuri uwu wa 2 igenekerezo rya 14 Nzero 2020. Ibisata bishasha
muri Kaminiza y’Uburundi Muri uwu mwaka w’ishure wa 2019-2020, Kaminuza
y’Uburundi yuguruye ibisata bishasha 3 : Igisata c’imibano n’imico
y’abantu (Socio-Anthropologie), igisata co kumenyesha amakuru (Journalisme et
Communication) mu gisata c’indimi n’imico y’abantu hamwe n’igisata co
gutunganya amatongo (Administration et Cartographie Foncières) kiri i Buhumuza
mu ntara ya Cankuzo. Ku banyeshure bazokwiga ico gisata co gutunganya amatongo,
itariki yo gutangura umwaka bazoyimenyeshwa mu misi ya vuba. Mwomenya
ko muri uno mwaka Kaminuza y’Uburundi yafatiye ku manota 50 kw’ijana ku bize
ibisata vy’ibiharuro (ScA, Maths-Physique et Technologie), 56 kw’ijana ku bize
ScB, Bio-Chimie et Science de la terre, Normale, Lettres Modernes et Langues na
62 kw’ijana ku bize ibindi bisata.
Ibihugu vya Reta zunze ubumwe za Amerika n’ububiligi birashima ko amatora yabaye mu mahoro n’umutekano mu Burundi
Ibihugu vya Reta zunze ubumwe za Amerika n’ububiligi birashima ko amatora yo kuwa 20 Rusama 2020 yabaye mu mahoro n’umutekano mu Burundi. Amerika yerekana ko yiteguye kunagura imigenderanire n’igihugu c’uburundi hamwe n’inzego zaco nshasha zivuye mu matora Mw’itangazo ryo kuri uyu wa kane igenekerezo rya 21 Rusama 2020, Filipe Goffin,  umushikiranganzi ajejwe imigenderanire y’ububiligi n’ayandi makungu arashima inguvu n’utwigoro Abarundi berekanye mu matora atatu yabereye icarimwe kuri uyu wa gatutu igenekerezo rya 20 Rusama 2020. Kubw’uwo mushikiranganji, iyo ngo intambwe ikomeye mu gutsimbataza intwaro ibereye n’ituze muri poritike y’igihugu. Agira ati: « Turasavye aberwa n’ivya poritike mu Burundi, kureka imvugo canke ibikorwa vyotuma demokarasi ivuye muri iyo nteguro y’amatora isubira inyuma ». Kubw’ivyo ahamagarira aberwa n’ico kibazo bose kuganira kugira ngo habe icuka ciza inyuma y’amatora, hubahirijwe ivyavuye muri ayo matora. Muri iryo tangazo, uwo mushikiranganji amenyesha kandi ko ari akaryo keza ko gutsimbataza imigenderanire myiza y’uburundi n’igihugu ciwe. Arangiza yerekana ko ububiligi bushigikiye uburundi n’abarundi mu gutsimbataza ubumwe n’amahoro kugira habe iterambere. Igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika kibicishije ku munyamabanga waco, Mike Pompeo, gisaba abarundi kwirinda agasotoro. Mike Pompeo agira ati: « Turiko turakurikiranira hafi ibijanye n’uburundi kugira birinde agasotoro kandi habe amatora atagira imishamirano gutyo umunyagihugu wese arangure igikorwa ciwe kijanye na demokarasi ». Nayo icegera c’umunyabanga mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’amerika mu gisata kijejwe umugabane wa Afrika, Tibaut Onagi, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa 21 Rusama 2020, ahamagarira abahiganwa kutaja mu bwicanyi mu gihe batokwemera ibizoyavamwo ariko bokwitura inzira itegekanijwe. Uwo mutegetsi wa Reta zunze ubumwe za Amerika arangiza ashikiriza ko mu gihe hoboneka Reta nshasha ivuye mu matora aheruka atacobuza ko imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri yosubirwamwo hakagaruka imigenderanire myiza nkuko vyari muri kahise. Mwomenya ko ububiligi hamwe na Reta zunze ubumwe za Amerika bwabishikirije kuri uyu wa 21 Rusama 2020 nyuma y’umunsi umwe haraye habaye amatora.
Ishingwa ry’umurwi wo gufashanya na Afirika y’epfo mu gukomeza imigenderanire
Kuri
uyu wa kabiri igenekerezo rya 22 Nzero, Uburundi bwaratunganije inama igira 6
y’abahinga bo mu Burundi no muri Afirika y’epfo. Iyo nama yatunganijwe mu
ntumbero yo kurabira hamwe ivyo bari bayaze bitaraja mu ngiro kugira babihe
umurongo mushasha wo kubirāngūra mu gukomeza imigenderanire no gufashanya
hagati y’ivyo bihugu bibiri Ntirampeba Izidori,
Umunyamabanga ntayegayezwa mu Bushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi
makungu amenyeshako itunganywa ry’iyo nama y’abahinga ari akaryo keza kuri ivyo
bihugu ko kwihwereza hamwe aho bagejeje ishirwa mu ngiro ry’ivyo bari
bapfunditse mu nama iheruka no mu yandi manama yabaye ubwa mbere. Ni akaryo
kandi ko kwihweza ishingwa ry’umurwi wo gufashanya uhurikiyemwo izo mpande zose
kugira bateze imbere imigenderanire no gufashanya. Uwo murwi akaba ariwo
uzokwirikirana ibibazo vyose bijanye no guteza imbere imigenderanire y’Uburundi
na Afirika y’epfo. Nk’uko bishikirizwa n’uwo
munyamabanga, uwo murwi uzokomeza wongere ushingire ahanini ku gufashanya mu
bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu. Uzoteza imbere ibisata vy’ubutunzi
n’imibano, poritike, umutekano, ubudandaji, uburimyi, amahinguriro, amagara
y’abantu, indero n’inyigisho za kaminuza, ibidukikije, imico kama, kwivuna
abansi, ingenzi, uburimyi n’ibindi. Ntirampeba ashikiriza
ko hagati y’Uburundi na Afirika y’epfo, imigenderanire yifashe neza kandi
ishingiye ahanini ku mahoro n’umutekano. Uburundi bukaba buzirikana igikorwa
cakozwe n’ico gihugu mu kugarukana amahoro n’umutekano mu Burundi inyuma
y’indyane zabaye mu gihugu. Umuhisi Nelisoni Mandela akaba yaragize uruhara
bimwe biboneka mu kugarukana umutekano mu Burundi ndetse n’abamusubiriye
barabandanije ingendo yo gushigikira amahoro mu Burundi. Ntirampeba akaba
yamenyesheje abaserukiye igihuhu ca Afirika y’epfo ko mu ntumbero yo kwereka
amakungu ubukengurutsi, Uburundi bwararungitse abasirikare kugarukana amahoro
mu bindi bihugu nka Somariya, Centre Afrique, Sudani, Haïti na Côte d’ivoire. “Abasirikare b’abarundi ntibagiye kugarukana
amahoro mu bindi bihugu bashaka kwironkera amahera y’agaciro. Bagiye kugira
bereke amakungu ko bazirikana kandi bakenguruka igikorwa Afirika y’epfo yakoze
mu Burundi”. Mwomenya ko iyo nama
yasozerewe kuri uyu wa 4 igenekerezo rya 23 Nzero i Bujumbura.
Burundi : Hagiye gushingwa urwego nshingwakirundi(Académie Rundi)
Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 17
Ntwarante 2020, kaminuza y’uburundi ifadikanije n’ubushijiranganji bw’imico kama,
akaranga n’inkino bubicishije Ku kigo kijejwe guteza imbere gusoma ibitabu no
kunagura imico n’akaranga (CEBULAC) yaratunganije ibirori vyoguhimbaza umusi
mpuzamakungu wahariwe ururimi kavukire. Banyankimbona Gasupari, umushikiranganji
w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi  yamenyesheje ko hagiye gushingwa urwego
nshingwakirundi (Académie Rundi). Banyankimbona
Gasupari yari yateye iteka ivyo birori akaba yamenyesheje ko uburyo
bwogushiraho urwego nshingwakirundi bumaze kuboneka. Gutyo rero kaminuza
y’uburundi ngo yofata iyambere mu guteza imbere ururimi kavukire haba mu
nyandiko canke mu mvugo eka mbere hamwe n’utugenegene. Ibi navyo ngo
bikazoshoboka abahinga banonosoye ibijanye n’indimi hamwe n’akamaro kazo bakoreye  hamwe.  Umushikiranganji
Banyankimbona akaba ashikiriza kandi ko ururimi kavukire ari akaranga
kazinamurundi wese, umuhora w’inyigisho, ubumenyi hamwe n’ubuhinga. Asaba zina murundi
wese kumenya uruhara rwiwe mu guteza imbere ikirundi kuko ngo guteza imbere
ururimi kavukire ari ukwiteza imbere ubwawe. Asaba kandi ko umunyagihugu wese
kwitwararika no gukomeza ururimi kavukire ryo ragi rw’abasokuru. Nayo
umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi, Havyarimana Faransisiko yamenyesheje ko
guteza imbere ikirundi mu mvugo no mu nyandiko ndetse n’ubuhinga ari kimwe mu
mahangiro nyamukuru y’iyo kaminuza. Amenyesha kandi ko ururimi rwunga ubumwe
kuri bamwe n’abandi, rusesura akarangamutima, rutsimbataza inyigisho, ubumenyi
hamwe n’ubuhinga. Ahamagarira rero urwaruka kuzirikana kwitaho guteza imbere
ikirundi. Akongera agahimiriza abo bose begwa noguteza imbere ururimi kavukire
gukorera hamwe. Umuyobozi
Havyarimana akaba kandi yamenyesheje ko mu ntumbero yokubandanya guteza imbere
ururimi  kavukire hamaze kurangurwa
ibitari bike. Bimwe muri ivyo n’ibitabu bitari bike vyerekerana indimburo,
amayagwa hamwe n’imigenzo bimaze kwandikwa. Umuyobozi
w’ikigo c’igihugu kijejwe guteza imbere gusoma ibitabu hamwe no kunagura
imicokama,akaranga n’inkino, Muheto Patirike yaserukiye Ubushikiranganji
yamenyesheje ko Ikirundi ari akami ka muntu ku Barundi ngo rero ntawokwemera
kukiyambura kuko ako kami niko kagira ico abarundi bari.  Arongera
ati: « ururimi rwacu ni iragi
n’itunga rizodutungisha ». Asigura rero ko ariyo mpamvu
Ubushikiranganji bw’imicokama, akaranga n’inkino bwihaye ihangiro mu kwiyumvira
uruhara ikirundi cogira mu buzima bw’igihugu kuko ururimi rushorera imizi mu
mico,imigenzo n’akaranga. Ubwo bushikiranganji bukaba buriko buranagura imico
mu kwigisha inzira zanone zogukundisha abantu gusoma no kwandika ibitabu mu
kirundi hamwe nogukundisha cane abakiri bato imico y’ikirundi. Mw’ihiganwa « Rumuri »
hagiye gushirwamwo Ikirundi Ku bijanye
n’amahiganwa yitirirwa « Rumuri » yerekeye kwandika ibisomwa
bigufibigufi canke ivyese yama yatunganijwe ngo harongewemwo Ikirundi iruhande
y’igifaransa n’icongereza zahora zikoreshwa cane. Iyo nayo ngo ni imwe mu nzira
zokunagura Ikirundi.  Nayo Ku
banyamahanga bipfuza kwiga ikirundi ngo Ikigo kijejwe kwiga indimi mu Burundi
kigiye gutanguza vuba inyigisho.  Mwomenya ko
umunsi mpuzamakungu wahariwe ururimi kavukire usanzwe uhimbazwa kuwa 21
Ruhuhuma uko umwaka utashe, mu Burundi ukaba wahimbajwe kuri uyu wa kabiri 17
Ntwarante 2020.
Ibanki y’Abarimyi n’Aborozi, hamwe n’Ibanki y’Abakenyezi zigiye gushingwa mu mezi 2 ari imbere
Igenekerezo rya mbere Rusama uko umwaka utashe, abakozi n’abakoresha, mu Burundi no mu bihugu vyinshi, barahimbaza umusi mpuzamakungu w’abakozi n’akazi. Mw’ijambo yashikirije, umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza yamenyesheje ko mu kiringo c’amezi abiri arimbere hagiye gushingwa ibanki y’abarimyi n’aborozi, hamwe n’ibanki y’abakenyezi. Yizera ko ubushomeri bugiye kugabanuka cane mu gihe haherutse gushingwa kandi ibanki y’urwaruka. Umukuru w’igihugu asaba ko ata muntu n’umwe yosubira kubura ingurane afise imigambi n’umwete wo gukora. Ahamagarira kandi abanyamitahe ngo bagwize amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana.  Amabanki ayahamagarira kugabanya inyungu asaba abaka ku ngurane, areke ngo kubabegera ku bwabo no kuzibira iyo biva. Petero Nkurunziza amenyesha ko uyu mwaka wabaye uwudasanzwe mu bijanye no kugwiza akazi. « Abakozi bashasha baronkejwe akazi ni 2817 mu Bushikiranganji bw’indero, 201 mu Bushikiranganji bw’amagara y’abantu, hamwe n’421 basubiriye abapfuye canke bagiye gukora ahandi. Aha ntituvuze abaronkera ubuzi mu mashirahamwe y’abikorera utwabo no mu nzego z’Umutekano no kwivuna abansi ». Umukuru w’igihugu avuga kandi ko uyu mwaka hasubiwemwo Igitabu c’amategeko agenga abakozi n’akazi kugira ngo ajane n’ibihe uburundi bugezemwo, mu muryango w’ibihugu vyo muri afirika y’ubuseruko, yongere yisunge amategeko afitiye akamaro igihugu atorerwa mu nama ya rya Shirahamwe Mpuzamakungu rijejwe akazi OIT. Mu ntumbero yo kworohereza abakozi n’imiryango yabo, Petero Nkurunziza avuga ko hategekanywa kunagura ishirahamwe rijejwe kuvuza abakozi ba Reta. « Turazirikana neza ko ikigega c’amasaka gikomoka mu kigega c’amagara. Mu kurindira iryo nagurwa, turasavye dushimitse abajejwe iryo shirahamwe gukora ibishoboka vyose kugira abanywanyi baryo baronke imiti ikwiye badatamye ». Amasendika y’abakozi n’abakoresha asabwa kumenyekanisha amategeko y’akazi mu bakozi bose « Tumenye ko gukora neza akazi kujana no gukurikiza amategeko y’akazi. Amasendika y’abakozi n’abakoresha nibafashe rero kumenyekanisha amategeko y’akazi mu bakozi bose ». Abakoresha nibahimirize abakozi babo gutegekaniriza kazoza mu mashirahamwe ya Reta ONPR na INSS no mu mashirahamwe y’abigenga kugira baze baronke ikibafasha cisununuye bamaze gukukuruka. Petero Nkurunziza ahamagarira abarundi kwirinda gusesagura amatungo y’igihugu kuko ngo ubusuma n’ibiturire bitukisha ubwa mbere umukozi yabikoze, imbere yo gutukisha igisata c’akazi akoramwo no guhombesha igihugu cose. Mu gihe Uburundi buri mu kiringo c’amatora, Petero Nkurunziza asaba abarundi kuyoboka umukuru w’gihugu agiye kuramutswa igihugu.
Ikigo ciyemeje gutegurira kazoza keza abakozi n’abakukuruke(CAREA) catanguje icese ibikorwa vyaco
Ku civugo ׃« inkoni uzokwishimikiza mu busaza uyica ukibasha», ikigo ciyemeje gufasha no gutegurira kazoza keza abakiri kukazi n’abakukuruke(CAREA) caratanguje icese ibikorwa vyaco  kuri uyu wa kane igenekerezo rya 23/04/2020. Ngo ico kigo kizanye « akarusho gasumba ico ayandi mashiramwe yarasanzwe akora ibikorwa vyo gutegekaniriza kazoza abakozi ». Nk’uko bishikirizwa n’umupfasoni Manirakiza  Godeliève, ico kigo kikaba gifise ihangiro nyamukuru ryo gutegura no guherekeza abantu bari mu bikorwa kugira babandanye bakenerwa no mu bihe vyabo vyo mu zabukuru.                                                                                                                Uwo aserukira CAREA imbere  y’amategeko yabandanije amenyesha ko ico kigo kizanye akarusho gasumba ico ayandi mashiramwe yarasanzwe akora ibikorwa mwen’ivyo. Avuga ko bazotegura kandi bakongera bagaherekeza abantu mukwegeranya uburyo no gutunganya imigambi ubwo buryo buzorangura. Yashimangiye avuga ko kuja mu zabukuru bitegurwa kandi biraba abantu bose atawukwiye kuvyirengagiza. Manirakiza Godelièveatera akamo abantu bose kwiyumvira ku ngorane babona canke babayemwo hanyuma bafate ingingo yo guhindura ingendo mu ntumbero yo gutegura kazoza keza bakiri mu kazi no mu gihe bazoba bageze mu zabukuru. NIMUBONA Arcade, yaserukiye ubushikiranganji bw’agateka ka zina muntu, imibano n’iterambere ridakumira muri ivyo bikorwa, yakeje cane ikigo CAREA ku gikorwa c’iteka ciyumviriye mu gutegura no guherekeza abanyagihugu mu kuja mu zabukuru. Akaba yanahimirije abanyagihugu kwumva ko bakwiye kwitegurira ibiringo vy’ubuzima, batangure kuziganya bakiri mu kazi bongere batunganye n’imigambi izobasahiriza mu bihe vyo mu zabukuru. Arcade NIMUBONA yamenyesheje ko ubushikiranganji ataco butazokora mu gushikigikira ico kigo. Mwomenya ko ikigo CAREA cavutse muri Ndamukiza umwaka wa 2019 gitangujwe n’abantu 42 bari mu kazi hamwe n’abari muzabukuru. Muri kino gihe bakaba bageze kubanywanyi bagera ku 53. Nemerimana Christiane
Ibikoresho vy’agaciro k’ibihumbi 781 157 vy’amadorari y’abanyamerika nivyo vyatanzwe na PNUD ku ntara 5
Mu ntumbero yo gufasha abantu bose kuronka impapuro z’amavuko na ntunganyamatongo vyoroshe, igisata co mu Burundi c’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe iterambere ry’abanyagihugu PNUD kibicishije mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu Gihugu, catanze kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 10 Ndamukiza ibikoresho bitandukanye vyo mu gisata c’umwidondoro w’abantu “Etat Civil” na ntunganyamatongo hamwe n’ibikoresho vyo kwiyunguruza ku makomine yose agize intara za Bururi, Kayanza, Makamba, Rumonge na Rutana. Ivyo bikoresho bikaba biciye amafaranga y’abanyamerika ibihumbi 781 157 Nicole Kouassi arongoye ico gisata mu Burundi amenyesha ko iyo mfashanyomfashanyo yahawe amakomine yose agize intara za Bururi, Kayanza, Makamba, Rumonge na Rutana. Kouassi amenyesha ko iyo mfashanyo igizwe n’ibikoresho vyo mu biro vy’umunyamabanga ntayegayezwa w’igisata kijejwe  gutunganya amatongo ku rwego rw’igihuhu hamwe n’igisata kijejwe imyidondoro y’abantu « Eta Civil ». Kouassi avuga ko ibiro vy’igisata kijejwe amatongo vyahawe intebe zo kwicarako, amamashine nyabwonko, ububati, amakinga, ibitabo babikamwo amadosiye, ibikoresho vyo gucapako amatongo hamwe n’imodoka imwe yo gukurikirana uko ivyo bikorwa biriko birarangurwa muri izo ntara . Kouassi ashikiriza ko igisata kijejwe imyidondoro y’abantu cahawe ibitabo vyo kwandikamwo abana bavutse, abantu bagize ubugeni n’abapfuye hamwe n’imodoka imwe yo gukurikirana uko ivyo bikorwa biriko biragenda mu makomine yose agize izo ntara zitanu. Uwurongoye PNUD mu Burundi amenyesha ko ivyo bikoresho vyaguzwe amafaranga y’abanyamerika ibihumbi 781 157, bikazofasha gutunganiriza vyoroshe abantu bo muri ayo makomine na canecane ba ntahonikora, abateshejwe izabo n’abatwa. Ati: «Sinkekeranya ko ivyo bikoresho bizogira ico vyunganiye ayo makomine na canecane mu gutunganiriza abayitura mu mwanya muto ». Niyongabo Tarasisi, umwunganirizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko PNUD idahengeshanya gushigikira uburundi mw’iterambere. Niyongabo akaba yasavye uwurongoye ico gisata mu Burundi ko boronsa ivyo bikoresho intara zisigaye kugira ntizisigare inyuma mw’iterambere. Niyongabo yasavye kandi ko ico gisata coronsa ingabire y’imodoka ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu kuko kuva hatanguye umugambi wa  charoi zéro ubwo bushikiranganji busigaranye imodoka imwe bigatuma ibikorwa vyo kuja ku rubuga biba gake kuko bisaba ko hakotwa imodoka. Umwe mu barongoye komine zarose iyo mfashanyo yamenyesheje ko ibikorwa vyo kwandika abana, abagize ubugeni hamwe no gufuta abapfuye bigiye kurangurwa neza. Avuga kandi ko igisata ntunganyamatongo kigiye gukora neza kubera ko kironse ibikoresho vya none. Nawenyene asaba PNUD kuronsa iyo mfashanyo ku ntara zisigaye mu ntumbero yo guteza imbere ivyo bisata. Amenyesha ko amakomine menshi yarahanzwe ahanini n’ingorane yo kugira abantu benshi batanditswe mu bitabo vya komine, ingorane yo kuronswa vyoroshe impapuro zitandukanye, kutagira ibitigiri vy’ifatiro bigezweho hamwe no kudashira mu buhinga bwa none impapuro ziranga umuntu hamwe n’izindi mpapuro zose zitangwa mu makomine. Mwomenya ko uwo mugambi waranguwe mu ntara 5 zigizwe n’amakomine 32 ariyo komine Bururi, Matana, Mugamba, Rutovu, Songa na Vyanda mu ntara ya Bururi; amakomine ya Butaganzwa, Gahombo, Gatara, Kabarore, Kayanza, Matongo, Muhanga, Muruta na Rango mu ntara ya Kayanza; amakomine ya Kayogoro, Kibago, Mabanda, Makamba, Nyanza-Lac na Vugizo mu ntara ya Makamba; amakomine ya Bugarama, Burambi, Buyengero, Muhuta na Rumonge mu ntara ya Rumonge hamwe n’amakomine ya Bukemba, Gihato, Mpinga-Kayove, Musongati na Rutana mu ntara ya Rutana.
Ibarabara riva kuri Chanic  gushika ku kibuga c’indege rigiye gusanurwa
Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 8 Ndamukiza, Inama Nshingamateka yarakoranye mu ntumbero yo kwihweza no kwemeza integuro 2 z’ibwirizwa rishiraho amasezerano y’ingurane y’inyongera hagati y’uburundi n’ibanki y’abarabu ijejwe iterambere muri Afurika BADEA hamwe n’ikigega ca Arabia Saoudite kijejwe iterambere FSD. Iyi ngurane ingana n’imiriyoni 13 z’amafaranga y’amanyamerika azokoreshwa mu gusanura ibarabara riva ku kibuga c’indega Ndadaye Merikiyoro gushika kuri Chanic. Izo nteguro zose zaremejwe n’abashingamateka Ntunzwenimana Yohani Bosiko, umushikiranganji ajejwe inyubako  yamenyesheje ko iryo barabara rizoba rigizwe n’amabarabara 2 abangikanye (autoroute), rizokorwa ku mafaranga y’ingurane kandi ko rizotuma uburundi bugira ishusho nziza ku ngenzi zinjira mu gihugu ziciye ku kibuga c’indege Merikiyoro Ndadaye. Amenyesha kandi ko iryo barabara rishasha rizotuma amasanganya agabanuka. Ntunzwenimana ashikiriza ko iryo barabara ripima uburebure bw’ibirometero 5 n’imetero 300 rizokwubakwa ku mafaranga y’abanyamerika imiriyoni 13. Umushikiranganji Ntunzwenimana avuga ko uburyo buzokoreshwa mu gusanura iryo barabara ari ingurane izotangwa n’amabanki 2. Asigura ko ibanki y’abarabu ijejwe iterambere rya Afurika BADEA izotanga ingurane y’imiriyoni 7 z’amafaranga y’abanyamerika hamwe n’imiriyoni 5 n’ibihumbi 900 zizotangwa n’ikigega ca Arabia Saoudite kijejwe iterambere FSD. Muri uwo mugambi uburundi bukaba buzotanga amafaranga angana n’ibihumbi 100 vy’amadorari y’abanyamerika. Kubera ko inkengera z’iryo barabara zikunze kwibonekezamwo ibidengeri vy’amazi, umushikiranganji Ntunzwenimana yamenyesheje ko hazokwagurwa imigende yari isanzwe itwara amazi kuri iryo barabara itagikora neza. Abashingamateka bakaba barashikirije amakenga bavuga ko amabarabara amwamwe ariko arubakwa muri kino gihe afise ubukomezi buke. Batanga akarorero k’ibarabara RN5 « Ruhwa-Nyamitanga »  ryononekaye ahatari hake. Kuri ico kibazo, umushikiranganji Ntunzwenimana yishuye ko intambamyi ari nyinshi. Asigura ko ibirere vyahindaguritse, abantu bakiyongera kandi ko amabarabara amwamwe acamwo imiduga myinshi ipakiye ibintu bifise uburemere bwinshi. N’aho izo nsiguro zatanzwe biragaragara ko abashingamateka batanyuzwe  neza. Abashingamateka bakaba bamenyesheje ko hari n’ayandi mabarabara yononekaye nka RN1, RN4, RN5, RN9 na RN16. Umushikiranganji Ntunzwenimana yishuye ko ayo mabarabara ari mu mugambi wa Leta wo kuyasanura co kimwe n’amabarabara yo hagati mu gisagara ca Bujumbura. Mwomenya ko inyuma yo guca hirya no hino iyo nteguro y’ibwirizwa abashingamateka bakaba bayemeje ijana kw’ijana.
Ubuhinga bushasha bwo kugenzura imiduga n’amapikipiki biciye ku buhinga bwa none
Mu ntumbero yo
kugenzura neza uruja n’uruza mu mabarabara, Ubushikiranganji bwo gutwara abantu
n’ibintu bufadikanije n’ishirahamwe Global Smart Technology bwaratanguje icese
kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 11 Nzero 2020, umugambi wo kugenzura imiduga
n’amapikipiki hamwe no gutanga impusha zo kugendesha imiduga biciye ku buhinga
bwa none. Ivyo birori bikaba vyari vyatewe iteka n’icegera ca kabiri c’Umukuru
w’igihugu Butore Yozefu, Icegera
ca  kabiri c’Umukuru w’igihugu
yarakengurutse intambwe ikomeye igisata co gutwara abantu n’ibintu mu Burundi
kigeze ko mu gushiraho umugambi wo kubuhinga bwa none uzofasha mu gusuzuma mu
mwanya muto imiduga n’amapikipiki (controle technique) . Avuga ko uwo mugambi
wazanywe n’ishiramwe Global Smart Technology uzokwinjiza amafaranga atari make
muri Leta biciye mu kigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi OBR, ndetse
uzozanira akunguko kanini iryo shirahamwe. Asaba ahubwo ko ubwo buhinga
bwokwiragizwa mu bindi vyicaro vya Otraco biri mu zindi ntara. Icegera ca kabiri
c’umukuru w’igihugu yahamagariye abanyamitahe baba mu Burundi canke mu bindi
bihugu kuzana imitahe yabo mu Burundi na canecane mu bindi bisata bigize
ubuzima bw’igihugu mu ntumbero yo gukomeza umugambi wo gufashanya hagati ya
Leta n’amashirahamwe yigenga canke abanyamitahe. Butore Yozefu akaba yasavye
kubungabunga izo nyubakwa. Mwomenya ko uwo mugambi
wari umaze hafi imyaka 5 uriko urashirwa mu ngiro. Uwo mugambi ukaba wahereye
mu gisagara ca Bujumbura. Ico kigo c’ubuhinga bushasha kikaba kiri i Bujumbura
mu kigo ca OTRACO.
Mukenyezi, haguruka wige gusoma no kwandika ntusigare inyuma mw’iterambere
Ku
civugo “Twese hamwe duteze imbere inyigisho no kwiyungunganya kw’abakenyezi n’abigeme,
bo iterambere rirama rikomokako”, urunani rw’abakenyezi b’abarundikazi biyemeje
guharanira imibereho myiza n’iterambere rwaratunganije kuva kw’igenekerezo rya
28 Nzero inyigisho z’imisi itatu zo gukarihiriza ubwenge abigisha basanzwe
bigisha abakenyezi bakuze guharura, gusoma no kwandika mu ntumbero yo
guharanira agateka k’umukenyezi mu Burundi Ntirampeba Espérance
arongoye urwo runani  amenyeshako mu
ntumbero yo kugwanya amabi yose akorerwa abakenyezi bataciye ku ntebe y’ishure,
urwo runani rwaratanguje mu ntara za Cibitoke, Bubanza no mu Gisagara ca
Bujumbura ibigo vyo kwigisha guharura, gusoma no kwandika abo bakenyezi kugira
bareke gukumirwa bongere bashirwe mu ntwaro uhereye ku mutumba kuduga hamwe no
kwiteza imbere mu gukora urudandazwa mu ntumbero yo kugwanya ubukene. Ntirampeba ati: “Nk’uko
umukenyezi ari inkingi y’urugo, twaraganiriye n’abakenyezi bitura iki kigo
dusanga intambamyi nyamukuru ari uko abakenyezi benshi batazi gusoma no
kwandika bigatuma bakumirwa n’abo bubakanye bakanka kubaha umutahe wo kudandaza
kubera batazi guharura”. Ntirampeba avugako urwo
runani rumaze gutanguza ibigo 8, 3 mu ntara ya Bubanza no mu gisagara ca
Bujumbura na 5 mu ntara ya Cibitoke. Abigisha 16 n’abakurikirana uko inyigisho
zitangwa 8 akaba aribo bariko barakwirikirana inyigisho z’imisi 3 zo
kubakarihiriza ubwenge kugira bazokwigishe abandi bafise ubumenyi buhagije.
Avuga ko mu gihugu hagati ivyo bigo bitaratanguzwa kubera ingorane y’uburyo
buke kuko abigisha bakenera kwiyunguruza hamwe n’ibikoresho, ko ari hamwe
bwoboneka bokorerayo kuko naho nyene abakenyezi badafatwa nk’uko vyotegerejwe
kuba. Mbega
inyigisho zitangwa gute? Hamisi Kerementi,
umuhinga mu nyigisho z’abakuze amenyesha ko izo nyigisho zitangwa mu mice 3. “Ubwa mbere umukenyezi batangura kumwigisha
inyigisho zo kumutegura, ubwa 2 baja mu cigwa nyezina, inyuma y’izo nyigisho ku
ntambwe ya nyuma, umukenyezi aca ahabwa urupapuro rwerekana ko yahejeje izo
nyigisho. Bakongera bagahimirizwa kwinjira mu mashirahamwe kugira ntibibagire
ivyo bize”. Hamisi amenyesha ko izo
nyigisho zitangwa mu mezi 3 canke 4. Biga 2 mu ndwi amasaha 2 gusa ku masango
bumvikanye n’uwubigisha. Amenyesha kandi ko izo nyigisho zitangwa mu Kirundi
hisunzwe ubuzima abo bakenyezi babayemwo n’ivyo bakeneye kumenya. Nagakobwa Janine, umwe
mu bigisha bariko bakarihirizwa ubwenge amenyeshako bigisha abakenyezi bari
hagati y’imyaka 15 na 60 kandi ko inyigisho bazitanga ku buntu. Ku ntambamyi
bahura avuga ko abageze mu zabukuru bitaborohera gutahura kubera imyaka yabo. Mwomenya ko urunani rw’abakenyezi
baharanira imibereho myiza n’iterambere rwitaho agateka k’abakenyezi n’abigeme
mu kubigisha gusoma no kwandika kugira biteze imbere bongere bahabwe ikibanza
kibereye mu kibano.
 Abitavye inama y’abanyeporitike mu Kayanza bashikiirije iki?
Umunyambanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD,Evariste NDAYISHIMIYE yamenyesheje ko ata bundi butumire yokwitaba bwo kuja mu biganiro i Arusha ahubwo yobanza kubaza ikitashitsweko gushika ubu kuburyo vyotuma yitaba ibindi biganiro. Kubwa Jacques BIGIRIMANA arongoye umugambwe FNL  yagarutse ku kutumvikana kuri hagati y’Uburundi n’Urwanda acasaba amakungu kureka gushigikira igihugu c’Urwanda. Jacques BIGIRIMANA yasavye ko amatora ategekanywa mu mwaka wa 2020 yotangurwa nayo gutora umukuru w’igihugu. Phenias NIYIGABA yaserukiye umugambwe Sahwanya FRODEBU yamenyesheje ko k’ubutumire bahawe ivyo gusinya urupapuro rw’inzira bitari birimwo harimwo gusa ibijanye n’inama itegura amatora ya 2020.
 Abanyeporitike b’Uburundi bari mu nama ibahuza mu kayanza  
Imigamwe 21 kuri 32 yemewe mu gihugu c’Uburundi niyo yitavye iyo nama ihuza abanyeporitike aho bitegekanijwe ko igihe c’isaha umunani n’inusu ariho haterwa umukono k’urupapuro rw’inzira rw’amatora ategekanywa mu mwaka wa 2020. Iyo nama ihuza abanyeporitike yateguwe yongera itunganywa n’ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’inyigisho zo gukundisha igihugu.
 Umugambwe APDR usaba ko ibwirizwa nshingiro rishasha ryoshirwa mu ngiro
Mw’itangazo umukuru w’umugambwe APDR, yasohoye kur’uno wa mbere igenekerezo rya 18 Ruheshi 2018, Gabriel BANZAWITONDE amenyesha ko ibwirizwa nshingiro rishasha rikwiye gushirwa mu ngiro kuko intambanyi z’ibice 5 kw’ijana vyasabwa kugira umuntu aje muri Reta vyavuyemwo. Gabriel BANZAWITONDE avuga ko bakeza umukuru w’igihugu ku ngingo yo kutazitoza mu matora yo mu mwaka wa 2020, kandi abifitiye uburenganzira ahabwa n’ibwirizwa nshingiro bakamusaba kuzofasha umugambwe wiwe gutora uwundi azomusubirira. Umukuru w’umugambwe APDR asaba ko ibiganiro vyosubira gutangura mu ntumbero yo gutegura urupapuro rw’inzira rwobashikana mu matora ya 2020,gushiraho itegeko rigenga amatora hamwe n’umurwi ujejwe gutunganya amatora bihurijweko na bose Gabriel BANZAWITONDE aheraheza asaba ibihugu vya Afirika hamwe n’amakungu gukuraho ibihano vyafatiye Uburundi.
 Ifoto y’umunsi
Umunsi ugira kabiri w’umwiherero w’abagize Reta y’Uburundi : Ibikorwa birongowe na Petero NKURUNZIZA biri mu mwiherero ku kirimba c’umukuru w’igihugu i Gitega
 Willy Nyamitwe yahatswe kugandagurwa
Willy NYAMITWE, umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yahatswe kugandagurwa n’abantu bamurashe ageze hafi yo ku rugo iwe i Bujumbura, mu Kajaga. Nk’uko vyemezwa n’abajejwe umutekano bakorera hafi y’aho ico gitero cabereye, Willy NYAMITWE yatewe avuye ku mirimo mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, nk’ inyuma y’isaha imwe y’ijoro. Abatanze ayo makuru bakavuga ko umwe mu bamucungerera umutekano wa Willy NYAMITWE yaciye acikana, uwundi arakomereka cane. Willy Nyamitwe bivugwa ko yoba yakomerekejwe ku kuboko n’urusasu, akaba yaciye ajanwa kwa muganga, ku bitaro KIRA HOSPITAL biri mu gisagara ca Bujumbura. Abicishije ku muhora Twitter wiwe, Alain Aime NYAMITWE, umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, akaba n’umuvukanyi wa Willy NYAMITWE, yemeje ayo makuru y’igitero cakozwe kuri uwo muhanuzi w’umukuru w’igihugu, ashimira Imana ko acitse kw’icumu.
 Umusi mpuzamakungu wahariwe kugwanya igisukari wahimbajwe mu gihugu
Mu guhimbaza uwo musi mukuru mpuzamankungu wahariwe kugwanya igisukari waranzwe n’igikorwa co kwipimisha k’ubushake iyo ngwara y’igisukari. Uyo musi mukuru wahimbajwe ku civugo kivuga giti « Umuryango hamwe n’igisukari »
 Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwashikirije ibigiye gukorwa mu gice ca kabiri c’umwaka wa 2018 ushira 2019
Mu kiganiro umushikiranganji w’amagara y’abantu no kugwanya Sida yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kane ariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu gice ca mbere c’umwaka wa 2018 ushira umwaka wa 2019 ,Thadee NDIKUMANA yavuze ko mu gice ca kabiri c’umwaka wa 2018 ushira 2019 bazokwemeza bongere bashire ahabona umugambi ugira gatatu wo guteza imbere amagara y’abantu uva mu 2019 gushika muri 2023 hamwe no gutunganya indwi igira kabiri yo mu mwaka yahariwe amagara meza y’abavyeyi n’ibibondo. Thadee NDIKUMANA yavuze ko bimwe muvyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu gice ca mbere ari igikorwa co gusuzuma ingenzi ku mbibe kubijanye no gukinga ingwara ya Ebola, guhimiriza abantu kwingira iyo ngwara hamwe no kwigisha abaganga ingene ingwara ya Ebola ifata n’ingene byivura. Ibindi vyashoboye kurangurwa n’ubwo bushikiranganji,Thadee NDIKUMANA avuga ko ari isekeza ryakozwe rijanye no gupima hamwe no guhimiriza abanyagihugu bo mu ntara za C’ibitoke,Rumonge hamwe na Rutana kugira bikingire ingwara y’imibembe. Uyo mushikiranganji avuga kandi ko habaye isekeza ryo kuvura abakenyezi bagwaye ingwara yo mu kigo hamwe no gufasha kwemeza umugambi wa OPDAS Burundi ujanye no kugwanya ubwandu bwa Sida ku bana bavuka ku bavyeyi bagendana uyo mugera.
 Prosper MUYUKU:“ ibice 14 kw’ijana vy’abana barapfa kubera kudakaraba amaboko n’isabuni.”
Ivyo yabishikirije mu ruganda ico gisata c’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya Sida catunganije ku bamenyeshamakuru mu kwitegurira umusi mpuzamakungu wahariwe gukaraba n’isabuni mu ntumbero yo kubasaba kugira bafashe guhimiriza abanyagihugu kumenya gukaraba n’isabuni mu gukinga amagara yabo ntasinzikare . Prosper MUYUKU yavuze ko umugirwa wo gukaraba n’isabuni utaratera imbere kuko hacibonekeza indwara zandukira bivuye kukudakaraba kandi zigahitana ubuzima bw’abantu. Uyo arongoye ico gisata kijejwe isuku n’amazi meza murubwo bushikiranganji avuga ko abantu bakwirikije amategeko ajanye no gukaraba n’isabuni vyofasha kugira ubuzima bw’abana basinzikazwa n’ingaruka zo kudakaraba ntibuhungabane.
Prosper MUYUKU avuga ko abantu bakwiye gukaraba n’isabuni iyo bavuye ahantu hariho hose kuko dufise umugenzo wo kuramukanya ariko bakwiye gukaraba na cane cane mu biringo 5 bikomeye arivyo imbere yo kurya,imbere yo gutegura imfungurwa,imbere yo kwonsa umwana,inyuma yuwuvuye mu kazu ka sugumwe hamwe n’inyuma yuwuhejeje gusukura umwana avuye ku mwanda mukuru. Prosper MUYUKU asaba abantu bose baba abigisha mu mashure,abajejwe intwaro batandukanye,abakuru b’amashengero gufasha guhimiriza abantu kugira bijukire gukaraba n’isabuni murivyo bihe bikomeye kugira bifashe gukinga ingwara ata buryo burinzwe gukoreshwa. Umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe gukaraba amaboko n’isabuni wama uhimbazwa kw’igenekerezo rya 15 Gitugutu buri mwaka ,uyu mwaka wa 2018 mu Burundi ukazohimbazwa kw’igenekerezo rya 30 Gitugutu muri komine Tangara mu ntara ya Ngozi.
 Umushikiranganji Thaddée NDIKUMANA aremeza ko hari ibura ry’imiti imwimwe
Mu kiganiroo kubamenyeshamakuru kuruyu wa gatanu ariko ashikiriza ivyo ubushikiranganji arongoye bwaranguye mu mezi 3 aheze,Thaddée NDIKUMANA yavuze ko mu ntumbero yo guhanga n’ico kibazo c’ikena ry’imiti imwimwe Reta yafashe ingingo ko ishirahamwe CAMEBU rishobora kuja kugura iyo miti kubayikora. Muganga Thaddée NDIKUMANA yavuze ko iyo ngingo yafashwe kuko abahora baronswa isoko ryo kuzana imiti batayizana canke ngo bayishikirize. Thaddée NDIKUMANA yavuze ko imiti ikenerwa kenshi iriho ariko iyikunda kubura ariyo bita “Specialites” arinaco gituma bagiye gukora ibishoboka vyose kugira imiti yose izoboneke k’urugero rukwiye.
 Thaddée NDIKUMANA : Mu mezi atatu aheze twashoboye kuronsa abana barenga imiriyoni 4 umuti uvura ingwara zo mu nda “Albendazole”
Mu kiganiroo kubamenyeshamakuru kuruyu wa gatanu ariko ashikiriza ivyo ubushikiranganji arongoye bwaranguye mu mezi 3 aheze,Thaddée NDIKUMANA yavuze ko mu ntumbero yo guhanga n’ico kibazo c’ikena ry’imiti imwimwe Reta yafashe ingingo ko ishirahamwe CAMEBU rishobora kuja kugura iyo miti kubayikora. Muganga Thaddée NDIKUMANA yavuze ko iyo ngingo yafashwe kuko abahora baronswa isoko ryo kuzana imiti batayizana canke ngo bayishikirize. Thaddée NDIKUMANA yavuze ko imiti ikenerwa kenshi iriho ariko iyikunda kubura ariyo bita “Specialites” arinaco gituma bagiye gukora ibishoboka vyose kugira imiti yose izoboneke k’urugero rukwiye.
 Abanywa itabi batera akamo abatarinywa kutarikoza mu kanwa
Umwe mu banywa itabi yaganiriye n’ikinyamukuru “IGIHE” yavuze ko, umuntu yaranyoye itabi bigora kugira arihebe  kuko ata munsi wohera atumvise inyota yaryo. Uwo asanzwe anywa itabi yavuze : “Waranyoye itabi riragoye guheba,ingaruka zaryo ndazizi ariko biragoye hamwe noronka umuti wo kuriheba vyonryohera.” Uwundi nawe yavuze ati : “Maze gukora ibintu vyinshi ariko vyaranse ko ndariheba.” Umwe mu batanywa itabi yaganiye n’ikinyamakuru “ IGIHE ” yavuze ko itabi ritera ingwara nyinshi, ataco ryinjiza mu mubiri abarinywa bakwiye kuriheba. Abo basanzwe banywa itabi batera akamo umuntu ataranywa itabi kutahirahira ngo arinywe kuko rimeze nk’uburozi umaze kurinywa utariheba. Umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya itabi wama uhimbaza kw’igenekerezo rya 31 Rusama buri mwaka, hano mu gihugu cacu ukazohimbazwa ejo ku munsi wa gatanu kw’igenekerezo rya 1 Ruheshi 2018.
 Abantu benshi barihenda ku bijanye n’ibitera vy’ukuri ingwara ya "Cancer"
Mu matohozwa yagiye arakorwa cane cane mu gihugu c’Ubwongereza akanashirwa ahabona n’ikinyamakuru "European Journal of Cancer", ku bantu bagera hafi 1 330 babajijwe ku bijanye n’ibitera iyo ngwara, bagiye baravuga ko kunywa itabi vyonyene arivyo bibi ku magara yabantu. Ishirahamwe rigwanya ingwara ya cancer rifise icicaro mu gihugu c’Ubwongereza "Cancer Research UK" ryashikirije ko iyo ngwara ya cancer ishobora kuba yogabanuka mu gihe benshi bomenya ibiyitera. Iyo abantu baba bazi vy’ukuri ibetera "cancer", batajuragizwa n’amakuru menshi y’ibitera iyo ngwara, ku bantu cumi bogwaye iyo ngwara bane bovamwo ntibobaye bakiyirwaye, nk’uko bivugwa na "Cancer Research UK" Iryo shirahamwe rirashimangira ku kumenya vy’ukuri ibitera iyo ngwara kugira umuntu ayirinde amenye ico akwiye guheba, ikimugirira nabi ntagire amakuru menshi muri rusangi. Abashakashatsi bo muri Kaminuza zibiri zo mu Bwongereza, University College London hamwe niyindi yitwa Université de Leeds basanze ibice birenga 40 kw’ijana vy’abantu babajije bazi ko umwitwarariko birya twita "Stress" mu gifaransa, n’ugukunda ibirungo canke ibituma irya zimota canke ziryoha biri mubitera "Cancer"  kandi atarivyo na gato. Umuntu rero akwiye kwiga kumenya muri rusangi ibitera iyo ngwara, gutyo akamenya aho ashoborera kugaba akirinda canke naho ntiyiyime ikintu yoba akeneye kandi kitagira ingaruka mbi bivuye ku makuru atariyo kenshi umuntu agenda aratoragura hirya nino. Bimwe mu bitera ingwara ya cancer, ni mu gice ca kabiri c’aya makuru atangwa n’ishirahamwe "Cancer Research UK"
 Ishirahamwe OMS mu karere ka Afrika ryatanguje isekeza rigira umunani ry’ugucandaga
Nk’uko biri mw’itangazo ry’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS, iryo sekeza ryatunganijwe ku civugo : ‘’Urucanco rukorwa neza, Gira uruhara rwanyu.’’ Rizokwerekana igituma urucanco rukenewe kandi ari agateka ku muntu wewe na cane cane ku bana n’abakenyezi. Muri iryo tangazo, Muganga  Matshidiso Moeti, arongoye ishirahamwe OMS mu karere ka Afrika, yemeza ko, akarere ka Afrika kateye intambwe mu gushikana urucanco ku barukeneye, kandi ko abakuru b’ibihugu n’amareta  biyemeje gushika urucanco kuri bose, biciye mu masezerano bashizeko umukono mu mwaka wa 2017, I Addis-Abeba, mu gihugu ca Etiyopiya. Muganga  Matshidiso Moeti , avuga ariko ko hagikenewe ibikorwa biboneka, kugira bemeze neza ko abana canke abandi bantu bose bakingiwe urupfu n’indwara zose zishobora kurwanywa hakoreshejwe urucanco. Ku ruhande rwiwe, Leila Pakkala, aserukira ishirahamwe Unicef mu karere ka Afrika y’Ubuseruko niyo Ubumanuko, nimba abantu bashaka ko batera imbere mu bijanye no gucandaga, bategerezwa guhangana n’ibibazo bijanye n’amagara y’abantu , hamwe n’ibibazo bijanye no gushikira abana baba mu bice bigoye gushikamwo. Muganga Seth Berkley  arongoye ishirahamwe ryitaho ivyo gutanga incanco GAVI, avuga ko gutanga incanco ku rugero rwo hejuru bituma haba kubaho kumwe mu bijanye n’amagara y’abantu, kandi ari ingirakamaro mu bijanye no kwubahiriza amagara y’abantu, mu kiringo  kirekire muri Afrika. Kubwa Muganga Seth Berkley , gushikana urucanco ku bantu bose bari ku mugabane wa Afrika, ni kirumara mu guteza imbere amagara y’abantu, gukingira ubuzima no gufasha kwubaka ikibano gikomeye.
 Umwana umwe arapfa uko iminota ibiri iheze kubera Malaria 
Iyo nama ifise intumbero n’ukurabira hamwe rero ingene bohagarika ingwara ya malaria ihitana abantu ibihumbi 400 ku mwaka kandi n’ubu ikibandanya, nk’uko bishikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu OMS ryitaho amagara y’abantu kw’isi. Inyuma y’imyaka mirongo ibiri iyo nama ibaye, abahinga bazokwigira hamwe aho ubuhinga bugenze mu ruganda rwo kwirinda iyo ngwara, ingene bayivura kandi naho bigeze kugira rwa rucanco rwa Malaria rurindiranywe igishika rubeho canke ruje ku mugaragaro. Abitavye inama bazorabira hamwe kandi icokorwa kugira batuze burundu ingwara ya malaria kw’isi yose, cane cane muri Afrika yo munsi ya sahara, naho muri ako karere basa n’abateye intabwe muri ino myaka iheze, nk’uko bishikirizwa n’abatunganije iyo nama Mu cegeranyo ca nyuma giheruka gusohoka, ishirahamwe mpuzamakungu OMS ryitaho ibijanye n’amagara y’abantu kw’isi rivuga ko naho habaye intambwe mu bijanye no kurwanya ikiza ca malaria, ntanguvu nyinshi zigikoreshwa mu kubandanya gukurikiranira hafi iyo nama. Mu 2016 abantu imiriyoni 216 nibo bagiriwe rusansuma bari kwa muganga bagwaye iyo ngwara ya malaria, ni ukuvuga ko hongeyeko imiriyoni zitanu ugereranjie n’umwaka w’2015 kandi muri abo, 90 kw’ijana bari abo muri Afrika iri munsi ya Sahara. Umwana umwe aricwa n’ingwara ya Malaria uko iminota ibiri iheze, ku bw’abo batunganije iyo nama. Mu bizokwigirwa muri iyo nama, harimwo ku rutonde ingene botuza iyo ngwara ya Malaria ahantu hari intambara nko mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nigeria, ahageramiwe cane cane n’abihevyi ba "Boko haram" kandi bongere barabire hamwe uburyo bwo guhagarika imibu itera malaria.
 Ubugumba ni imwe mu ngaruka z’ingwara zandukira biciye mu guhuza ibitsina
Kubwa Muganga yanonosoye ivyo kuvura ingwara zo ku rukoba hamwe n’ingwara zandukira biciye mu guhuza ibitsina, Muganga Elie MUPERA, mwene izo ngwara  zirashobora gutera ubugumba kandi ngo birababaje kubona umuntu ashobora kugumbaha kubera ingwara ishobora kwikingirwa canke bivuye ku bugaba bwo kuja kwivuza. Muganga Mupera a bandanye ati : "Si ivyo gusa, umukenyezi yibungenze nawe nyene afise imwe muri mwene izo ngwara zandukira biciye mu guhuza ibitsina aba ashobora kuvyara umwana agasanga avukanye ubumuga bwo ku mubiri, bwo ku mutima canke bw’iki na kiriya ku mubiri. Izo ngwara nyene zirashobora gutuma umugore agira imbanyi itameze neza (grossesse extra uterine) ugasanga igi ntiryagiye iyo ritegerzwa kuja ngo rikure hanyuma ngo havemwo umwana, gutyo ugasanga n’imbanyi itazokwigera ishika aho ivuka neza. Ivyo rero ntibihitana umwana gusa ngo numuvyeyi birashobora kujana. Ibimenyetso vy’izo ngwara rero ngo ni vyinshi, biravana n’ingwara iyariyo, mugabo muri bikuru bikuru harimwo udukomere tujana n’amasumbi, umuntu akajojota ugasanga mu gitsina havayo amashira kandi agiye ku mwanada muto ugasanga afise ububare budasanzwe. Mu bimenyetso kandi harimwo uduhere duto duto turimwo amazi kandi turyana, ibivyimba bihera ku gitsina bigateba bikanashikira n’ibindi bihimba vy’ umubiri, hakaba n’izindi ngwara zitagaragaza ibimenyetso ku gitsina nka hepatite B. Ingwara rero zandukira biciye mu guhuza ibitsina ni ingwara zivurwa zigakira, mugabo ni ngobwa cane ko umuntu yivuza kare kandi akanabwira na mugenzi we akaja kwa muganga, uwo baba bararanguranye ayo mabanga.
 Umurundikazi yatowe kuja mu rwego nshingwabikorwa rw’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino muri Afrika
Liliane NSHIMIRIMANA yatowe kur’uno wa kabiri, igenekerezo rya 8 Rusama 2018,mu nama igira 81 y’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abamenyeshamakuru b’inkino ku rwego rwa Afrika, yabereye i Brixelles ku murwa mukuru w’igihugu c’Ububirigi. Liliane NSHIMIRIMANA yatowe kurongora ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi AJSB kw’igenekerezo rya 24 Nyakanga 2017. Umukuru w’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi AJSB, niwe mu kenyezi wa mbere yatowe kurongora iryo shirahamwe mu Burundi.
 Abigeme biruka bafise imero z’igihungu basabwe gufata imiti yo kugabanya iyo mero
Iryo shirahamwe rivuga ko hari abanonotsi bamwe biruka mu ruhande rw’abigeme, ariko bafise imyifato n’ingene baremwe, vyegereye uko abahungu baremwe. Muri abo bavuzwe, aharimwo umunya Afrika yepfo Caster Semenya yiruka imetero 800 hamwe n’imetero 1500, muri iki gihe akaba ariwe afise umwanya mwiza wa mbere kw’isi, mu kwiruka ivyo birere. Ishirahamwe mpuzamakungu ryo kunonora imitsi, rimenyesha ko mu gihe abo bigeme baremwe ku buryo imyifato yabo yegereye iy’abahungu, batemeye gufata imiti igabanya iyo mero y’igihugu, bazoca basabwa kwirukana n’abahungu. Caster SEMENYA arabwa n’iyo ngingo, yamaze kugira ico ashikirije abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, yanditse avuga ati : « Ndazi neza gushika ku bice 97 kw’ijana ko mutankunda, ariko ndazi ijana kw’ijana ko ivyo ataco bimbwiye. » Bamwe mu banonotsi biruka canke bagira izindi nkino, biramaze kuboneka ahanini ku ruhande rw’abigeme ko baba bafise imero y’igihugu, ibituma bamwe mbere bagira amakenga bibaza nimba vy’ukuri ari ari abigeme canke abahungu.
 Uburundi bwakiriye inama ya 36 ya Rotary Club
Ibihugu vyitavye iyo nama igira iya 36 ni ibihugu vya Cameroun, Kongo, Gabon, RDC,Centrafrique, Rwanda, Saotome, Tchad, Guinee Equatoriale hamwe n’Uburundi bwakiriye iyo nama. Muri iyo nama, hitezwemwo abantu bashika 400 harimwo ijana bo mu gihugu ca Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo, 100 bo mu Burundi hamwe n’abandi 200 bava mu bindi bihugu 8 bisigaye. Muvyo ishirahamwe Rotary Club rimaze gukora mu Burundi hariho ibikorwa vyo gutunga amazi meza mu bice vya Sororezo hamwe no mu bice vya Mukinya-Cigumije mu ntara ya Ngozi,gutera ibiti mu mihingo itandukanye y’igihugu ,umugambi ujanye no gushigikira igisata c’amagara y’abantu mu gutanga amakarata yo kwivurizako “CAM:Cartes d’Assurance Maladies ” ku miryango 500 y’abateshejwe izabo Ibindi bimaze kurangurwa na Rotary Club hano mu gihugu n’igikorwa kijanye no gufasha amashirahamwe ya banyamwema,umugambi wo gutanga amaraso mu guhimiriza abayatanga hamwe n’ibikorwa vyo guhimiriza bijanye no gutanga imfashanyo kubahuye n’umwuzure mu gatunguru mu mwaka wa 2013. Ishirahamwe Rotary Club risanzwe rifise abanywanyi bangana umuriyoni ryashinzwe mu kw’igenekerezo rya 23 Ruhuhuma 1905 n’uwitwa Paul Harris icicaro caryo kikaba kiri i Evanston mu gihugu ca Reta zunze ubumwe bwa Amerika kuva mu mwaka wa 2017 rikaba ritwagwa na Ian H.S.Riseley.
 Gaston SINDIMWO "Abarundi bafise ingabire zo gukina ariko ntibafise aho bavyerekaranira"
Gaston SINDIMWO yamenyesheje ko iyo nyubako izotuma inkino zitera imbere mu gihugu c’Uburundi kuko abarundi bafise ingabire zo gukina ariko ntibafise aho bavyerekeranira kuko ata bibuga biri k’urugero mpuzamakungu biriho. Gaston SINDIMWO yavuze ko iyo nyubako izofasha amashirahamwe y’inkino zitandukanye kuronka aho zizokorera ku giciro kitavuna kuko asanzwe adafise aho akorera. Icegera c’uwuserukira imbere y’amategeko ishirahamwe CEPEB Musenyeri Eraste BIGIRIMANA yamenyesheje ko ico kigo bariko barubaka kizofasha guteza imbere inkino zo kwinonora imitsi mu gihugu hamwe n’izindi nkino zitandukanye. Bimwe mu bikorwa bimaze gukorwa na CEPEB n’inyigisho zijanye n’imyuga  itandukanye hamwe no gushona yatanzwe ku bantu batishoboye muri komine Nyanza lac ,ihinguriro ryo guhingurira amavuta ryubatswe muri zone Kabonga I Nyanza lac hamwe n’inyigisho zijanye no gushona hamwe n’utugenegene mu Kanyosha. Inyubako Stade Olympique izoba ifise inyubako zitandukanye ikibuga c’umupira w’amaguru,ikibuga c’umupira w’amaboko Volley Ball, ibibuga 3 vy’umupira w’amaboko Basketball hamwe n’ikibuga c’umupira Handball.
 NIZIGIYIMANA Karim Mackenzie agiye kwubaka biciye mu mategeko
NIZIGIYIMANA Abdoul Karim Mackenzie azosezerana imbee y’amategeko kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 24 Ntwarante 2018, mu gihugu c’Urwanda, ari naho azoba n’umuryango wiwe. Amakuru dukesha ikinyamakuru IGIHE mu gihugu c’Urwanda, amenyesha ko NIZIGIYIMANA Abdoul Karim Mackenzie  na MUTUYIMANA Nadjma bamaze umwaka n’igice bakundana, kandi ko bafitaniye n’umwana w’umuhungu. NIZIGIYIMANA Abdoul Karim Mackenzie  yabwiye ikinyamakuru IGIHE mu Rwanda, ko ata bidasanzwe umukunzi wiwe MUTUYIMANA Nadjma yisangije, ariko ko bahuje bafata ingingo yo kubana. Yavuze ati :« Ni igihe kiba kigeze, birumvikana umuntu aba yarahuye na benshi ariko hari uwo ubona ugafata ingingo. Sinovuga ko hari ibidasanzwe kuri Nadjma ariko twarahuje tunafata ingingo yo kubana. Tumaze umwaka n’igice tumenyanye twanagize umugisha tuvyarana umwana, urumva ko ubu turi umuryango. » NIZIGIYIMANA Abdoul Karim Mackenzie  asanzwe akina mu kibanza c’inyuma ku ruhande rw’iburyo, yarakiniye imirwi itandukanye yo mu Rwanda no mu Burundi, nka APR FC, Kiyovu Sports na Rayon Spona Vitalo wo mu Burundi.
 FIFA : Uburundi bwagumye mu kibanza c’143 ku rutonde rw’ukwezi kwa mbere
Imvo yo kuguma mu kibanza bwarimwo,n’uko  ata nkino nyinshi zihuza imirwi nserukirabihugu zakinywe mu kwezi kwa Nzero 2018. Mu bihugu vyo mu karere ka CECAFA, Ubuganda buza imbere mu kibanza ca 78, bukaba bwakorotse ibibanza 5,hagakurikira Kenya mu kibanza ca 106, Urwanda narwo rukaza mu kibanza ca 114, Etiyopiya iri mu kibanza ca 135, Tanzaniya  iri inyuma y’Uburundi  mu kibanza ca 146. Kwisonga ry’urutonde, Ubudagi buri imbere, bugakurikirwa na Brésil, mu kibanza ca gatatu hakaza Portugal.
 Abakina "Jeux d’Echec" bavuga ko batitaweho ku rugero rukwiye
Wilfried NTAMATUNGIRO avuga ati : «Abakina urukino rwa "Jeux d’echec" ntibafashwa kugira batere imbere» Arongera agasigura ko bigoye n’uko baronka udushimwe iyo habaye amahiganwa hagati mu gihugu, no kuronka amahiganwa bakinamwo biragoye. «Harabura n’udushimwe dufadika two guha abakinyi iyo habaye amahiganwa. Hari n’ikibazo co kuronka amahiganwa.» Kubwa Wilfried NTAMATUNGIRO, ikibabaje cane ni ukubura ababashigikira iyo baronse akaryo ko guhiganwa mu makungu. « Birashika tukaronka ubutumire bwo kwitaba amahiganwa mpuzamakungu, bakatwemerera kutwitaho igihe cose twoba turiko turakina. Mugabo ikibazo duca tugira, ni ukuronka abadufata mu mugongo bakaturihira uburyo bwo gushika aho tuja gukinira. Uwusanzwe yifitiye uburyo arashobora kujayo.» Wilfried NTAMATUNGIRO akaba agiye kwitaba ihiganwa rigiye kubera mu gihugu c’Ubuganda mw’ihiganwa ryatunganijwe n’ishirahamwe rya "Jeux d’Echec" ryo muri ico gihugu, aho azohurira n’abakinyi benshi bava mu mihingo itandukanye. Mu bushikiranganji bw’inkino, urwaruka n’imico basaba uwuba ashaka gushigikirwa ko yokwitura ubwo bushikiranganji, bakamubwira ibisabwa hamwe n’amategeko abanza kwubahiriza.
 Makamba : Umukuru w’igihugu yuguruye insamirizi nshasha Aigle Sport FM
Iyo nsamirizi Aigle Sport FM ikorera mu ntara ya Makamba ni uy’umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi, umukenguzamateka Reverien NDIKURIYO asanzwe avuka mu ntara ya Makamba. Insamirizi Aigle Sport FM ivugira ku murwa mukuru w’intara ya Makamba ku murongo wa 88.0 Mhz. Insamirizi Aigle Sport FM ibaye insamirizi igira indwi yuguruwe ikorera mu ntara zo hagati mu gihugu.
 ’’Gukorera mu muco biri mu migambi yacu mw’ishirahamwe AJSB’’-Liliane NSHIMIRIMANA
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 26 Nyakanga 2017, Liliane NSHIMIRIMANA arongoye ishirahamwe AJSB amenyesha ko yakiriye neza itorwa ryiwe rivuye ku migambi yashikirije yanyuze abanywanyi. Kubwa Liliane NSHIMIRIMANA arongoye AJSB, mw’ishirahamwe arongoye bagiye gukorera mu muco mu bijanye n’itunganywa ry’ishirahamwe  bongere batunganye  ibikorwa vyo gukarihiriza ubwenge abamenyeshamakuru b’inkino. Mu gisata co kumenyesha amakuru, umukuru w’ishirahamwe Liliane NSHIMIRIMANA amenyesha ko bategekanye kunagura ico gisata, biciye mu gutanguza umurongo ngurukanabumenyi w’ishirahamwe (siteweb) hamwe no gushiraho ikinyamakuru gitanga amakuru (Magazine). Kubera ishirwa mu ngiro ry’iyo migambi risaba uburyo, Liliane NSHIMIRIMANA arongoye ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi AJSB avuga ko uburyo buzova mu ntererano z’abanywanyi b’ishirahamwe, bongere bategure imigambi izofatwa mu mugongo n’abashigikira ishirahamwe baba abo mu gihugu canke abo hanze y’igihugu. Uwo arongoye ishirahamwe yizeye ko imigenderanire hagati y’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi AJSB n’abafasha izobandanya kuba myiza. Mwomenya ko Liliane NSHIMIRIMANA agiye kurongora ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi AJSB mu myaka ine iri imbere, akaba yatowe kuri uno w’Imana igenekerezo rya 24 Nyakanga 2017. Abandi batowe ngo bafashanye kurongora ishirahamwe ni Evariste NZIKOBANYANKA yatowe kuba icegera c’umuyobozi w’ishirahamwe akaba kandi umumenyeshamakuru kuri Radiyo Isanganiro n’Iradiyo Ijwi rya Amerika, umubitsi ni Elvis IRADUKUNDA, umumenyeshamakuru w’inkino kuri Radiyo Buja FM, Thierry Niyungeko yatowe kuba umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe hamwe na Emery Nkunzimana batazira "Bizos", yatowe nk’icegera c’umubitsi.
 Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi AJSB riramutswa abarongozi bashasha
Inyuma y’amatora abandi batowe kuja mu rwego nyobozi rw’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi ni Evariste NZIKBANYANKA yatowe kuba icegera c’umuyobozi w’ishirahamwe akaba kandi umumenyeshamakuru kuri Radiyo Isanganiro n’Iradiyo Ijwi rya Amerika, umubitsi ni Elvis IRADUKUNDA ,umumenyeshamakuru w’inkino kuri Radiyo Buja FM. Abandi batowe ni Thierry Niyungeko,yatowe kuba  umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe hamwe na Emery Nkunzimana batazira  "Bizos", yatowe nk’icegera c’umubitsi. Bibaye ku ncuro ya mbere aho ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino rutwarwa n’umukenyezi, abatowe bafise ikiringo co kurongora ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino imyaka ine.
 Miss Supranational : Umwigeme ava muri Koreya y’Epfo yatahukanye ikibanza ca mbere
Jenny Kim amenye ko ariwe yatsinze mur’iryo higanwa yaranzwe n’amarira y’umunezero, bikaba vyabaye ngombwa ko bagenziwe bamuhoza. Uwo yatowe kuba Miss Supranational  yambitswe urugori rwa Miss Supranational na Srinidhi Ramesh Shetty yari yatsindiye ico kibanza mu mwaka uheze wa 2016. Jenny Kim amaze kwitaba amahiganwa atandukanye,kuko mu mwaka wa 2016 yaserukiye igihugu ciwe mw’ihiganwa rya Miss Universe ndetse aho yahavuye atahukana ikibanza ca mbere ,mu mwaka wa 2015 naho yatahukanye ikibanza ca Miss mu gihugu ciwe c’amavuka ca Koreya y’epfo. Ibirori vo  kwimika Miss Supranational vyabereye ahitwa Sports and Recreation Center mu gisagara ca  Krynica-Zdroj mu gihugu ca  Pologne aho Jenny Kim yaronkejwe agashimwe kagizwe n’ibihumbi 30 vy’amadorari y’abanyamerika. Muri bane baje ubwa mbere inyuma ya Jenny Kim hariho uwitwa  Martha Martinez ava mu gihugu ca  Colombie,  Bianca Tirsin ava muri Romania, Bitaniya Josef ava mu gihigu ca Ethiopie hamwe na  Larissa Santiago wo gihugu ca  Puerto Rico. Abakobwa 25 baje mu bibanza vya mbere bava mu bihugu vya Indonesie ,Vietnam ,Albanie, Ethiopie, Bresil, Pologne, Koreya , Thailande, Portugal, Sudan y’epfo, Inde, Serbie, Mexique, Colombie, Costa Rica, Australie, Italie, Philippines, Roumanie, Pays de Galles, Perou, Japon, Jamaique, Bolivie hamwe na Puerto Rico.
 Abanyakaranga n’umu Rappeur bo mu Burundi bakoranye ururirimbo
"Ingoma z’Iwacu" rwaririmbwe n’umu rappeur B Face hamwe n’abaririmvyi b’akaranga Alfred na Bernard bazwi kw’izina rya Nkund’abantu (izina riva ku ruririmbo "Nkund’abantu rwabiciye bigacika rukanatuma abo baririmvyi babiri bamenyekana). Urwo ruririmbo rwakozwe n’umuhinyanyuzi karuhariwe Amir Pro wo muri Ikoh Multiservice. Alfred na Bernard bumvikana bahamagarira Abarundi gukunda akaranga kabo, bakanagakundisha n’abandi. Baraca ku mayange ubwoko bw’imidiho ivuzwa mu Burundi, bakemanga ko Ingoma ari ik’i Burundi. B Face nawe yumvikana yibutsa amamuko y’ingoma z’uburundi, akanibutsa ko zatanguye kuvuzwa igihe umwami yari yahunze abari bamuteye. B Face avuga ko ingoma zavugijwe barondeza umwami. Ururirimbo "Ingoma z’Iwacu" ruvanze amajwi y’ibikoresho vya kera nk’umuduri, ikembe, agahugugu, ingoma hamwe n’ubuhinga bwa none buri mu mudiho wa Rap. Ivyo bisigurwa n’uko ururirimbo rwahuje abanyakaranga n’umu rappeur.  Umviriza aha munsi ururirimbo "Ingoma z’Iwacu"
 Umugwi Wifi Entertainment witeguriye gufasha abagendna ubumuga mu kigo Akamuri
Mu ntumero yo kwitegurira ihimbazwa ry’umunsi mpuzamakungu wahariwe abagenda ubumuga, uzoba kw’igenekerezo rya 3 Kigarama, umugwi Wifi Entertainment wakoze igiteramo kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 25 Munyonyo 2017. Ico giteramo kikaba cari kigizwe n’indirimbo z’abcuraranzi, atamvyi b’intambo ya Kizomba, inkuru zitwenza, ihayanisha-gurisha ry’ibikoresho ndangakaranga, impuzu, hamwe n’amashusho. Uburyo bwavuye muri ico giteramo bukazoca bukoreshwa mu gufasha abana bagendana ubumuga bo mu kigo Akamuri, nk’uko bivugwa n’abateguye ico giteramo bo mu murwi Wifi Entertainment. Indirimbo z’abarundi bahoze babica bigacika mu myaka ya kera nka Canco Hamissi, Nikiza David n’abandi, nizo zariko ziracurarangwa muri ico giteramo. Parfait Irakoze asanzwe arongoye umugwi Wifi Entertainment amenyesha ko intumero y’ico giteramo ari iyo kurondera uburyo bwo kuba hafi abana bo mu kigo Akamuri bagendana ubumuga. «Twifuje kugira igiteramo kizodutuma tugira ico dufashije abana bo mu kigo Akamuri mu ntumbero yo kubahimbarira umusi mukuru wahariwe abagendana ubumuga usanzwe uhimbazwa itariki 3 Kigarama ukwo umwaka utashe ». Nk’ukwo mu mugwi Wifi Entertainment basanzwe bakora imigambi yo kwiteza imbere, Parfait Irakoze arahimiriza urundi rwaruka gukura amaboko mu mpuzu bakijukira kwiyungunganya, bagakora ivyabo, ntibagume bateze amaso ikirere. Miss Annie Bernice yatowe nk’umwigeme asumvya abandi mu bwiza n’ubwenge mu mwaka wa 2017 akaba yari umutumire w’iteka, yashikirije ko igikorwa umurwi Wifi Entertainment watunganije ari ciza, kuko ari igitegura gufasha. « Mu gihe abagendana ubumuga badakunzwe kwitabwaho ku rugero rukwiye, ni igikorwa co gukeza kubona umugwi Wifi Entertainment ugizwe n’abakiri bato, wiyumvira kuba hafi y’abandi bana bari mu bibazo. »
 Urwaruka rwo mu Kinama rwiyemeje guteza imbere igihugu biciye mu mpano Imana yabahaye
Kubwa Anaclet Katumbulu aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe ALDP, urwaruka rufise uruhara runini mw’ihinduka ry’igihugu, biciye mu mpano basanganywe. «Urwaruka nirwo kazoza k’ejo. Iterambere ry’igihugu riri mu minwe yabo. Intumbero yacu, ni ukubafasha tukabatera intege mu mpano basanganwe, kugira ngo bagire ico baterereye mw’iterambere ry’iguhugu, eka mbere nabo nyene bashobore kubeshwaho n’impano Imana yabahaye ». Salvator Amani, umukuru wa karitiye Ngozi, ari naho ico giteramo cabereye, amenyesha ko zone ya Kinama isanzwe ifise urwaruka rufise impano nyinshi kuva na kera. «Urwaruka rwo mu Kinama rwamye ruri imbere mu bijanye n’uguteza imbere igihugu biciye mu nkino n’imico kama. Twovuga nkaba Kidumu naba Rallye Joe mu muziki, ba Lambalamba mu mupira wamaguru, n’abandi benshi.» Arongera akavuga ati : «Urwaruka rwitayeho gukomeza impano zarwo bituma birinda ibibasamaza, ndetse n’abanyeporitike bobahenda bakabakoresha amakosa baba babirinze». Aranatera akamo urundi rwaruka ruri mu yindi mihingo kwijukira inkino n’imico n’akaranga, bakarondera guteza imbere impano zabo, mu kwirinda ivyobasamaza bitabagirira akamaro. Vyiza Tonny, umwe mu rwaruka yari muri ico giteramo akaba asanzwe akina amareresi, avuga ko yiteze kuba umukinyi rurangiranwa w’amareresi kandi yipfuza kugira ico aterereye igihugu abicishije mu mpano asanganwe yo gukina amareresi. « Kuva nkiri muto, narakunda gukina kandi naripfuza gose kuzoba rurangiranwa no mu makungu nkagira ico mariye igihugu canje. Ubu ndabona ko indoto zanje zizoba ukuri».
Nishimwe Adidja, umwigeme akina amareresi nawe nyene arakenguruka ibikorwa bashitseko, akanashima ingene baronse ababafasha mu gushira ahabona impano zabo. «Amashirahamwe ya APM na ALDP yaradufashije mu gutuma dushira ahabona impano zacu. Birafasha cane urwaruka, bigatuma bamwe baheba kuja muma Ligala canke kuja mu buhumbu. Kuri jewe nsanzwe nkunda gukina amareresi, vyaramfashije mu kwereka ivyo nshoboye kandi nipfuza ko vyombeshaho muri kazoza»
 Umurundikazi yemeza ko yavyaranye na Diamond Platnumz
Umwigeme yiyita Jessica ku rubuga rwa instagram, ni umurundikazi afise imyaka 24 y’amavuka. Avuga ko amahasa yiwe y’abakobwa yavyaranye na Diamind afise imyaka ine (4ans). Uwo mwigeme avuga ko yatanguye kuryamana na Diamond ubwa mbere igihe uwo muririmvyi yariko akora "Vidéo" y’ururirimbo "Najuwa" yakoranye na Lolilo. Aho hari mu ntango z’umwaka w’i 2012, iyo vidéo Jessica abonekamwo ikaba yasohotse mu mwaka w’i 2013. Amakuru dukura ku kinyamakuru kiri ku muhora www.eday.bi, avuga ko iyo nda yavutsemwo amahasa, Jessica yayitwaye mu ntango z’umwaka w’i 2013 igihe Diamond yaza mu giteramo mu Burundi. Jessica ati :"Aya mahasa yanje nayavyaranye na Diamond Platnumz igihe yantera inda mu mwaka w’i 2013. Twahuye igihe yaza mu giteramo mu Burundi. Uwo munsi, igiteramo giheza yatumye umwe mu batamvyi biwe azwi kw’izina rya Mafya kuntora maze anjana mu cumba c’i hoteli aho Diamond yari. Naragiye ndamusangayo." Ku mafoto yerekana ku rubuga rwa instagram, Jessica yemeza ko hamwe Diamond yobihakana yiteguye kugirisha ibipimo vya ADN kugira ukuri kuje ahabona. Agira ati : "Gushika ubu nta birezo vy’abana arampa canke ngo amfashe kubarera. Namba yoba yibaza ko mbesha, nditeguriye kugirisha ibipimo vya ADN kugira vyerekane neza ko abana ari aba Diamond. Ibi sindiko ndabivuga kugira ndonke inyungu n’imwe canke ngo menyekane, ibi ni ukuri kandi ukuri kwose kurafise ingene kuja ahabona." Jessica abandanya kwemeza ko Sandra  Sanura Kassim, nyina wa Diamond azi neza ko bavyaranye amahasa n’umuhungu wiwe. Arongera ati : "Diamond, ndagusavye ubwire abantu ukuri. Canke basi undungikire itike y’indege nze muri Tanzania dukoreshe ibipimo vya ADN. Nawe Sandra Sanura, urazi neza vyinshi hagati ya jewe n’umuhungu wawe." Uwo mukobwa avuga ko Diamond adashaka kumufasha kugira bagirishe ibipimo, yiteguriye kuja muri Tanzania. Ayo makuru akavuga ko Jessica ategekanya gufata urugendo rwo muri Tanzaniya kuri uwo wa mbere igenekerezo rya 25 Nyakanga 2017. Ku rubuga rwa Instagram, Jessica arerekana ko yoba yaragerageje kubwira Diamond, uwo nawe akabihakana nk’aho womenga ntanamuzi. Muri ico kiyago bagiranye, Jessica yoba yariko amusaba ibirezo. Jessica abandanya rero anagiriza, Zari Hassan, yahoze akundana na Diamond Platnumz ko yoba yaramwiciye urubuga rwiwe rwa instagram aho yari afise abakurikirana bagera ku bihumbi amajana ane na mirongo itanu (450,000), kugira azimanganye ivyo bandikiranye na Diamond. Akababazwa n’uko Zari yari umugenzi wiwe gushika aho amenyeye ko afise inda ya Diamond agaca atangura kumurwanya n’ubugenzi burahera. Tubibutse ko Jessica abaye umukobwa wa mirongo ibiri na kane (24) avuze ko yavyaranye n’umuririmvyi Diamond. Ikindi twobibutsa n’uko hari haheze iminsi mikeyi Hamissa Mobeto avyaye umwana w’umuhungu bivugwa ko yavyaranye na Diamond.
 Kajoline Sona
Kajoline Sona, umurundikazi w’imyaka icumi n’icenda, aba mu gihugu c’ububiligi, niwe yaraye yambitswe ikanga rya Miss Burundi Belgique. Imbere y’uko umunsi nyamukuru w’ihiganwa ushika, nk’uko n’abandi bahiganwa nawe bagiye babikora, Kajoline yarashikirije imigambi yorangura mu gihe yotsinda ihiganwa. Mu migambi yiwe, Kajoline yashikirije ko  yipfuza guteza imbere igihugu ciwe. Avuga ko arangije amashuri yiwe azoca asubira mu Burundi ajanye n’imigambi y’itera mbere riciye mu mashiharamwe. Kajolina yashikirije kandi ko incuro ya mbere y’ihiganwa rya Miss Burundi Belgique ari intambwe yiwe ya mbere yoguserukira igihugu ciwe c’amavukiro mu gihugu c’amwakiriye aribwo Bubiligi. Abona ko rero ihiganwa rya Miss Burundi Belgique ari akaryo keza ko kumenyekanisha  ubutunzi kama bw’Uburundi, igihugu c’amata n’ubuki. Kajoline Sona, Miss Burundi Belgique azofashanya na Nahimana Martine icababa ciwe ca mbere hamwe na Kaze Lisette icababa ca kabiri.
 Hateguwe urukino hagati y’abamenyeshamakuru b’inkino n’abaririmvyi
Urukino rwo kunyinyurana hagati y’abamenyeshamakuru n’abaririmvyi ruzoba kw’igenekerezo rya 15 Nyakanga 2017,ku kibuga citiriwe umuganwa Ludoviko Rwagasore(Stade Prince Louis Rwagasore), kuva igihe c’isaha icenda z’umuhangamo. Amakuru dukura mu bariko bategura urwo rukino atubwira ko intumbero nyamukuru ari kurondera amahera yogufasha abana ba ntaho nikora, mu kubaronsa ibikoresho vy’ishuri. Ayo makuru nyene avuga ko abazofashwa bazomenyekana uburyo bumaze kuboneka. Naho bir’uko, bivugwa ko bazotora abari mu bigo bisanzwe biri mu gisagara ca Bujumbura. Kwinjira kurorera urwo rukino ni amafaranga amajana atanu (500) ku mpande z’ikibuga, amafaranga ibihumbi bibiri (2000) mu bibanza A na D, hamwe n’ibihumbi bitatu (5000)  mu bibanza B na C. Eka hari n’ibibanza vy’iteka ku bazoba bashaka gushigikira umugambi wo gufasha abo bana, bazoriha ibihimbi mirongo ibiri (20,000). Tubibutse ko buzoba bubaye ubwa mbere umurwi w’abamenyeshamakuru uzoba utanye mu mitwe n’uw’abaririmvyi bari mw’ishirahamwe ry’abaririmvyi Amicales des Musiciens du Burundi.
 Menya umurundikazi mwiza kandi aciye ubwenge yatowe mu Bubiligi
Kajoline Sona, umurundikazi w’imyaka icumi n’icenda, aba mu gihugu c’ububiligi, niwe yaraye yambitswe ikanga rya Miss Burundi Belgique. Imbere y’uko umunsi nyamukuru w’ihiganwa ushika, nk’uko n’abandi bahiganwa nawe bagiye babikora, Kajoline yarashikirije imigambi yorangura mu gihe yotsinda ihiganwa. Mu migambi yiwe, Kajoline yashikirije ko  yipfuza guteza imbere igihugu ciwe. Avuga ko arangije amashuri yiwe azoca asubira mu Burundi ajanye n’imigambi y’itera mbere riciye mu mashiharamwe. Kajolina yashikirije kandi ko incuro ya mbere y’ihiganwa rya Miss Burundi Belgique ari intambwe yiwe ya mbere yoguserukira igihugu ciwe c’amavukiro mu gihugu c’amwakiriye aribwo Bubiligi. Abona ko rero ihiganwa rya Miss Burundi Belgique ari akaryo keza ko kumenyekanisha  ubutunzi kama bw’Uburundi, igihugu c’amata n’ubuki. Kajoline Sona, Miss Burundi Belgique azofashanya na Nahimana Martine icababa ciwe ca mbere hamwe na Kaze Lisette icababa ca kabiri.
 "Abavyeyi banje bashaka ko mba umuganga"
Ritha Marie Ange KUNDUSENGE amaze gushikana imyaka itandatu yatanguye kunigana n’impano iri muriwe hamwe n’intambara y’abavyeyi biwe batamutahura. Nguwo atanguye gucapa imideri yinyegeje mu cumba. "Ndibuka ko nakunda kugaya ingene abashitsi baje muhira baba bambaye. Muri jewe nabona nari kubatorera ukundi bambara". Ritha avuga kandi ko abavyeyi biwe batashimishwa n’uko yoja mu mideri narirya uwo mwuga utarabwa ryiza n’imico ndundi, bobo bashaka ko akwirikirana ivy’ubuganga. Ritha ati : "Ijambo Michelle Obama yavuze ryampaye inguvu zo gukurikira impano zanje. Michelle Obama ati : Iyizere wewe nyene, ntuze wigere usamazwa n’abandi ngo baguteshe intumbero yawe". Ritha amaze gushikana imyaka icumi n’ine, avuga ko naho yibuka ijambo umuvyeyi wiwe yashikirije igihe bariko bahimbaza isabukuru y’amavuka yiwe, aho yamubwira ati : "Baho wongere uboneke". Uwo mwigeme avuga ko kuva ubwo yabonye ko ata yindi nzira y’ubuzima yofata atari guhesha iteka ibikorerwa mu Burundi. Mu gukora imideri, Ritha yahisemwo gukoresha igitenge gikorerwa muri cotebu. Uno munsi Ritha afise imyaka icumi n’itanu, amaze kwugurura inzu ateguriramwo akongera akadandarizamwo imideri yise "Mary Angel  Fashion House".  Mbega igiteramo ca Ritha giteguye gute?  Tubibutse ko Ritha yabateguriye igiteramo c’agakura c’imideri kuri uwo wa mungu igenerekerezo rya 10 Nyakanga kuri Zion Beach. Ibirori bizotangura igihe c’isaha icumi z’umugoroba, kwinjira n’amafaranga ibihumbi mirongo ine harimwo n’ico gufungura. Aho ni mu bibanza vy’iteka (40.000) hamwe n’ibihumbi icumi na bitanu (15.000), abana bari munsi y’imyaka icumi bazotanga ibihumbi icumi (10.000). Izo tike ziriko ziragurishwa muri Hotel Dorado, Ritha asanzwe akoreramwo.
 PAYWAY Burundi yatanguje ubuhinga bwo kugura umuyagankuba biciye muri EcoCash
Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe PAYWAY Burundi, Methousela Nsabimbona yamenyesheje ko ishirahamwe arongoye rifise ubuhinga kugira rifashe abantu gushobora kuronka ikidandazwa carico cose bipfuza umuntu atawuvuye aho ari. Methousela NSABIMBONA yavuze ko bazokorana n’ishirahamwe ryo gutumatumanako rya Econet Leo kugira abantu bose bafise terefone ngendanwa bashobore kugura umuyagankuba canke ibintu vyari vyose bipfuza vya PAYWAY Burundi biciye muri EcoCash. Methousela yavuze ati: “Buri muntu wese yumveko muri PAYWAY afiseyo ikibanza co gucishayo ivyo agurisha.” Uyo atwara PAYWAY Burundi yavuze ko akunguko ku banywanyi aruko bagiye koroherwa kuronka ibidandazwa na cane cane umuyagankuba n’ibindi bakoresheje terefone zabo ngendanwa. Umuyobozi w’ishirahamwe rya Econet Leo,Nepias NJARAVAZA yamenyesheje ko ubucuti batanguje n’ishirahamwe PAYWAY buzofasha kugira abanywanyi bafise umuhora wa Econet Leo kandi biyandikishije muri EcoCash bashobore kugura umuyagankuba aho bari hose ku mwanya wariwo wose biciye muri EcoCash . Nepias NJARAVAZA yavuze ko ubwo buhinga batanguje n’ishirahamwe PAYWAY bizofasha abanywanyi kugira bagure umuyagankuba bari ku mihana yabo bakoresheje terefone ngendanwa kandi  bazokora ibishoboka kugira abanywanyi babo baronke ibidandazwa vyose bipfuza biciye mu buryo bworoshe kandi buzimbutse. Umukuru w’igisagara ca Bujumbura yaserukiye Reta murivyo birori,Freddy MBONIMPA yashimiye ishirahamwe PAYWAY Burundi ryatanguje ubwo buhinga bwo kugura umuyagankuba biciye muri EcoCash kuko bizofasha abanyagihugu kuronka ivyo bipfuza ku mwanya muto batarinze kuruha. Ukeneye gukoresha PAYWAY Burundi na cane cane kugura umuyagankuba biciye muri Ecocash ushobora kubikora amasaha 24 kuri 24 aho uri hose.
 Ikigo NASA kigiye kurungika kajugujugu k’umubumbe Mars
Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’umukuru w’ikigo NASA ,Jim BRIDENSTINE yamenyesheje ko, iyo kajugujugu izorungikwa kur’uwo mubumbe mu kwezi kwa Mukakaro mu mwaka wa  2020, ikazoshikayo mu kwezi kwa Ruhuhuma mu mwaka wa 2021. Amakuru ashikirizwa na AFP amenyesha ko, umugambi wo gukora iyo ndege izorungikwa kuri Mars watangujwe mu kwezi kwa Myandagaro mu mwka wa 2013, kandi ikaba itegerezwa kuba ifise ibiro bishoboka kuko imibereho yaho itandukanye niyaha kw’isi. Iyo kajugujugu izorungikwa kuri Mars yiswe "The Mars Helicopter", ikazoba ikozwe nk’indege itagira umudereva bita ‘drone’, ikazoba ipima kilogarama 1.8. Mars Helicopter izoba iri kumwe na robo ntoyi  yahawe izina rya  ‘Mars 2020 rover’ ikazoba ijejwe kuraba imibereho y’uwo mubumbe ko ata bantu boshobora kuhaba,kugenzura ko ata biremwa vyigeze kuhaba hamwe no gusuzuma ubutunzi kama bwoba buhari. Iyo kajugujugu izoba ifise imishwarara y’izuba ishobora gutanga umuriro mw’ibateri y’iyo  ndege eka no mu cuma cayo bizofasha kugira igume ishushe mu gihe bwije kandi ikazoba ikozwe k’ubuhinga ishobora kwakira no gushira mu ngiro amategeko ihabwa n’abari kw’isi.
 Urubuga Twitter rugiye kwongereza amajambo abarukoresha bandika
Urwo rubuga rufise abantu barukoresha barenga imiriyoni amajana atatu, ruhanganye n’ikibazo c’igwirirana ry’abantu barukoresha, ubu rukaba ruriko rurihweza ingene rwokorohereza abarukoresha. Umugwi muto w’abakoresha urwo rubuga uzogiramwo uruhara muri iryo geragezwa ryo kwongereza amajambo yandikwa, gushika ku ncuro zibiri bafatiye ku majambo 140  bahora bandika . Urwo rubuga  rwa Twitter ruvuga ko ari kimwe mu bintu vyahora bigora abakoresha urwo rubuga.
 Bishasha muri Tecno mobile hamwe na telefone "Tecno SPARK"
Ishirahamwe Tecno mobile ryabazaniye terefone ngendanwa nshasha y’agakura! Tecno SPARK, iterefone idasanzwe, yoroshe gukoresha kandi ku giciro kitavuna. Hamwe na Tecno SPARK, hitamwo aho gufata amasanamu, hama ufyonde bukebuke ku "menya mirongo ndangamutu" (Empreinte digitale) uheze ubike ibihe ntibagirwa mu mwanya muto kandi utigoye. Muri ahantu hari umwijima? Ntimuzokwidoga na Mix flash ya tecno SPARK, kuko ni umuco ubonesha isanamu mu buryo budasanzwe aho muba muri hose, uko haba hameze kwose. Ntimutangare! Iyo "menya mirongo ndangamuntu" (Empreinte digitale) ntimenya gusa umuntu ariko arakoresha iyo terefone, mushobora no kuyikoresha mushaka gufata amasanamu y’ubuzima bwawe mu musegonda umwe. Hamwe n’ishirahamwe Tecno Mobile, baho hama ureke terefone ikore ibisigaye.
 Du nouveau chez Tecno Mobile avec le téléphone "Tecno SPARK"
Avec Tecno SPARK, trouvez votre angle d’auto-adhésion parfait, appuyez légèrement sur le capteur d’empreintes digitales et conservez un de vos moments les plus inoubliables sans effort. Tout ce que vos yeux attraperont sera capturé et remis à vos yeux en un clin d’œil. Vous êtes dans un environnement sombre? Avec le mix flash de Tecno SPARK, vous n’avez pas à vous plaindre. Le mix flash de Tecno SPARK est une étincelle qui illumine et éclaircit l’image peu importe où vous êtes. Ne soyez pas étonné! Le capteur d’empreinte digitale reconnaît non seulement ce que vous êtes, mais sert également de bouton-poussoir pour enregistrer la vie en 1s. Alors vivez, et laissez votre téléphone prendre soin du reste. TECNO MOBILE EXPERIENCE MORE, #LightUpwithSpark
 ARCT yatanguje amatohoza ku busuma bwakorewe abakoresha Terefone ngendanwa mu Burundi
ARCT ivuga ko yakurikiranye ubwo busuma bwakozwe ku materefone ngendanwa kuva ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 9 Ruheshi 2017, hakoreshejwe ama nomero adasa n’ayakoreshwa mu gihugu c’Uburundi. Mw’itangazo ryasohotse kuri uwu wa kabiri riteweko umukono na Ir. Donatien MANIRAMPA arongoye ico kigo, ARCT ivuga ko ama nomero amwe amwe yakoreshejwe muri ubwo busuma amaze guhagarikwa, amatohoza kw’isoko ry’ubwo bunyonyezi akaba abandanya, ARCT ibifashijwemwo n’ubushikiranganji bw’ugutumatumanako amakuru, hamwe n’amashirahamwe akora ivyo gutumatumanako amakuru biciye ku materefone ngendanwa. Mu kigo ARCT basaba abakoresha ama terefone ngendanwa ko bokwirinda guhamagara terefone ibabifye batayizi. Kuva ku munsi wa gatanu gushika kuwa gatandatu, abanyagihugu bakoresha imihora ya Econet Leo, Lumitel, Smart babonye nomero zimeze nk’izo hanze y’Uburundi zibakura (bimwe bita kubipa). Abaciye bahamagara izo nomero basanze ama inite yabo yahahereye, kandi akagenda ku murindi unyaruka. N’iyo nawe ugize ico bita "Bip" kuri izo nomero, wasanga ama inite wari ufise yaheze. Zimwe muri izo nomero zabipa ni +22478000546, +22478000542, +22478000556, +22478000558 Mu kigo ARCT basaba abanyagihugu ko boza barabimenyesha muri ico kigo, mu gihe bosubira guhamagarwa n’izo nomero. Bobimenyesha ko nomero itariha y’ikigo ARCT, iyo nayo ikaba ari 151
 Itara rigenewe Afrika kandi rizimbutse ryashitse kw’isoko
Ihinguriro "Inventid" rifise icicaro mu gisagara ca Manchester mu Bwongereza niryo ryiyumviye iryo tara ry’izuba, rimwe rikagurishwa amadolari $5 mu bihugu bimwe bimwe vya Afrika. Iryo ryashitse kw’isoko. BBC dukesha iyi nkuru ivuga ko iryo tara ryakozwe n’ihinguriro "Yingli" ryo mu Bushinwa, hamwe n’ikigo c’abagiraneza "Solar Aid". Iryo tara rizwi kw’izina rya SM100, uwariguze agashobora kurigendana, kuko rimara amasaha umunani ryaka igihe ryujujwe inguvu z’izuba. Ryatangujwe mu miryango 9000 yo mu bihugu bitatu vya Afrika arivyo Malawi, Uganda hamwe na Zambia. Amatara ya peteroli niyo akoreshwa henshi ku bantu imiriyoni 600 bo mu turere tutagira umuyagankuba muri Afrika, ubushakashatsi bukerekana ko ayo matara asigaye asaba amahera menshi mu kuyakoresha, rimwe na rimwe agashobora gukwega n’impanuka.
 BANKUMUKUNZI: Intara zose zirakoresha ubuhingwa bwa Numerique havuyemwo intara ya Muyinga
Umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru Nestor BANKUMUKUNZI amenyesha ko igihugu cose gishobora kuraba imboneshakure ikoresha ubuhinga bushasha bwa Numerique,havuyemwo intara ya Muyinga. Mu rugendo umushikmiranganji yagize ari kumwe n’umuyobozi wa Radio n’imboneshakure vy’igihugu RTNB,umuyobozi ajejwe ubuhinga,n’abahinga bajejwe gukurikirana ivyo ubuhinga bwa numerique,basanze intara zose zishobora kuraba imboneshakure biciye mu buhinga bushasha bwa numerique. Umushikiranganji Nestor BANKUMUKUNZI amenyesha ko bamaze kwumvikana n’abahinga bava mu gihugu c’Ubushinwa ko bari kumwe n’abahinga b’abarundi,bagiye gukora mu maguru masha kugira ngo abanyagihugu b’i Muyinga nabo barabew imboneshakure biciye mu buhinga bwa none. Nestor BANKUMUKUNZI amenyesha ko igihugu c’Ubushinwa cemeye gutanga ivyuma bituma umuntu araba imboneshakure (Decodeurs) 190000,mu gihe ishirahamwe STARTIMES MEDIAS ryemeye gutanga izishika 20000. Umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru avuga ko Reta y’Uburundi ibicishije mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu,yatanguye gukora amatohoza bw’imiryango ifise imboneshakure zishobora gukorana n’ubuhinga bwa numerique,ariko atari bose bazoronswa decodeur.
 Amategeko agiye kugenga urubuga Facebook yatanzwe
Urubuga ngurukana bumenyi Facebook rwashize ahabona amategeko yo gukoresha urwo rubuga.Ubutumwa bw’ubwicanyi canke bw’abihevyi  kiri muri kimwe kigiye kutemererwa kuja ku rubuga rwa Facebook. Urubuga ngurakana bumenyi Facebook rwasohoye amategeko agiye kugenga urwo rubuga mbere baranatanga n’insiguro ikwiye y’ukuntu bayakoresha. Ibikuru bikuru biri muri ayo mategeko, harimwo ibikorwa vy’iterabwoba bitagiye kwemerwa kuri urwo rubuga. Facebook ntigisubira kwemerera imirwi yamamaza iterabwoba canke yamamaza urwanko hamwe n’amashirahamwe y’ubwicanyi gukorera ivyo bikorwa kuri urwo rubuga. Ubutumwa rero bwose bwamamaza iterabwoba bugiye gukurwa ku rubuga Facebook. Ubu Facebook yaramaze gutangura kugara amasites atanga ubutumwa bw’umurwi w’abahevyi baba Djihadistes. Ibindi bigiye gukurwaho kuri urwo rubuga, n’amafoto y’abantu bambaye ubusa kiretse amashusho y’abagore bariko barosa hamwe n’ayandi mafoto yerekana uburwayi bw’abantu. Amashusho arimwo abantu bambaye ubusa ntagiye kwemerwa ku rubuga Facebook. Si ivyo gusa, abakoresha urubuga Facebook basabwa gutegerezwa gukoresha amazina yabo y’ukuri, amazina basanzwe bakoresha mu buzima busanzwe.Ico kintu co gukoresha amazina y’ukuri nticakiriwe neza n’abasanzwe bakoresha urubuga mbere abantu benshi baranagiharirako. Urwo rubuga ruzofuta ubutumwa bwose burimwo guhugabanya umutekano canke ubutumwa butuma haba uruhagarara mu bantu.Facebook ikoreshwa n’abantu bangana imiriyaridi 1,3, imaze guhagarika ibice 11 kw’ijana vy’ubutumwa buca kuri urwo rubuga, kubera buhonyanga amategeko y’igihugu.Vyongeye, ibiharuro vy’ubutumwa buhonyanga amategeko y’igihugu vyahagaritswe n’urwo rubuga,  vyaraduze biva kuri 8774 bigenda kuri 9707. Mwomenya ko Facebook atako idakora kugira ishimishe abayikoresha mu gihe igiye gushiraho uwundi mugambi wo kurungika amafaranga biciye kuri urwo rubuga hagati y’abakoresha Facebook mugabo basanzwe ari abagenzi.Ubwo buryo bukazotangura gukora mu mezi ari imbere.
 Facebook igiye kubaka igisagara kizoba kirimwo n’amazu y’abakozi b’ico kigo
Igisagara gipima amahegitare 80 (80hectares) kigiye kubakwa n’ikigo Facebook nk’uko vyavuzwe n’uwatanguje akongera agatwara ico kigo, Mark Zuckerberg. Muri ico gisagara, hazokubakwamwo amazu y’abakozi ibihumbi 10 bakora mu kigo ngurukana bumenyi Facebook. Amafaranga angana n’imiriyoni 200 z’amadorari niyo ategekanijwe n’ikigo Facebook mu kubaka igisagara "Zee Town".Uwo mugambi wo kubaka igisagara wiyumviriwe na Mark zuckerberg.Ico gisagara «Zee town» kigiye kubakwa hafi yaho ikigo Facebook gisanzwe gikorera, ahantu hitwa Menlo Park. Ikibanza co kubakamwo ico gisagara kingana n’amahegitare 80, Mark Zuckerberg akaba amaze kwegeranya amafaranga angana n’imiriyoni 400 z’amadorari y’Amerika zo kugura ico kibanza. Muri ico gisagara, hazokubakamwo amazu y’abakozi ibihumbi 10 bakora mu kigo Facebook, inyubakwa zigenewe kwakira ingenzi , ibibanza vyo gusumiramwo, n’ivyumba vyo kuryamamwo ku baje kwimenyereza (Stagiaires) muri ico kigo. Mark Zuckerberg yamaze no kurondera bamwe mu bazomufasha kubaka inzu, nk’ umuhinga mu gusiga inzu azwi cane, Frank Gehry, azoza aranakurikirana inyubako y’ico gisagara. Ikigo Facebook kivuga ko ico gisagara batagomvye ko kiba igisagara c’ikigo gusa Facebook, ahubwo bagomvye no gushiramwo n’abandi bantu badakora muri ico kigo mu kububakira ibibanza bashobora gukenera. Ico ciyumviro co kubaka igisagara c’ikigo Facebook kigiye korohereza ubuzima abakozi baho mbere n’akaranga k’ikigo Facebook kagiye kwongerekana.
 Ubuyobozi bwa Fondation FEMIDEJABAT bwagenye ababuserukira mu ntara
Muri urwo rwandiko, uwuserukira Fondation FEMIDEJABAT imbere y’amategeko Felicien MINANI, amenyesha ko abo bagenywe hisunzwe amategeko agenga iryo huriro, habajijwe kandi urwego nshingwabikorwa. Urwo rwandiko rumenyesha ko, abatowe guserukira Fondation FEMIDEJABAT mu ntara, bafise igikorwa co gukurikirana ibikorwa no gutanga amazina y’abandi bofasha mu bikorwa vy’ihuriro. Mwomenya ko Fondation FEMIDEJABAT irongowe na Felicien MINANI, isanzwi iriko iratunganya igitabo kivuga ku muziki w’Uburundi.
 Abakoresha indirimbo z’abarundi basabwa kuriha bisunze amategeko ya O.B.D.A 
Mw’itangazo ryasomwe n’umushikiranganji w’inkino n’imico kama buca hahimbazwa umusi mukuru  mpuzamakungu wahariwe umuziki,Pelate NIYONKURU yamenyesheje ko kubona Uburundi buzokwifatanya n’ayandi makungu mu guhimbaza uwo munsi mukuru, ari ikimenyetso  cerekana ko igihugu gishigikira bimwe biboneka abaririmvyi kugira bashobore kubeshwaho n’umwuga wa minsi yose. Pelate NIYONKURU yavuze ko muri iyo ntumbero yo gushigikira abaririmvyi hashinzwe ikigo kijejwe gukingira ibikorwa n’abahinga (O.B.D.A) kugira indirimbo zikingirwe kandi zitezwe imbere kugira abaririmvyi bahatorere akoyokwe. Uwo mushikiranganji w’inkino n’imico kama asaba abakoresha indirimbo zose z’abaririmvyi ko boriha bisunze amategeko ya O.B.D.A mu kwubahiriza amategeko ajanye no gukingira umuririmvyi n’ibikorwa vyiwe. K’uruhande rw’abaririmvyi ,  uwo mushikiranganji yabasavye ko boririmba indirimbo zihayagiza imigenzo myiza y’Abarundi kugira hubakwe Uburundi bw’amahoro,kwigisha abarundi imico myiza ijanye n’iterambere rirama ry’igihugu . Ibikorwa vyo kwugurura ihimbazwa ry’uyo munsi mukuru ku rwego rw’igihugu bitegekanijwe ku munsi wa kane igenekerezo rya 21 ruheshi 2018 mu kigo c’urwaruka co mu kamenge ku civugo “Uruhara rw’umuziki mw’iterambere rirama ry’Uburundi.” Umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe umuziki wama uhimbazwa buri mwaka kw’igenekerezo rya 21 Ruheshi,watanguje n’umushikiranganji w’imico mu gihugu c’Ubufaransa Jacques Lang mu mwaka w’i 1982.
 Umurwi ndangakaranga ’’Amagaba’’ ugiye kuremesha igiteramo wise ’’Umukozo’’
Jean Marie NIYUHIRE arongoye umurwi ‘’Troupe Amagaba’’ avuga ko ico giteramo ciswe ‘’umukozo’’ categuwe mu ntumbero yo gusubira gukundisha abarundi akaranga kabo, nk’uko biri mu bihugu nk’Ubushinwa. Uwo arongoye umurwi ‘’Amagaba’’, amenyesha ko, hari ivyo abarundi bari bakwiye kumenya no gutahura, kuko mu Burundi abantu benshi bazi ko akaranga ari ak’abantu bato bato mu gisagara ata kabaho, kandi atari vyo. Jean Marie NIYUHIRE amenyesha ko ari akaryo ku muntu akunda akaranga k’Uburundi hamwe n’uwutari bwabibone, ko kwishikira no gushigikira akaranga k’Uburundi. Kwinjira mu giteramo ’’ Umukozo’’ c’umurwi Troupe ‘’Amagaba’’ umuntu azoriha amafaranga 5000 vy’amarundi. Raba amasanamu y’ indirimbo ’’Burundi’’ imwe mu zaririmbwe n’umurwi ndangakaranga ’’Amagaba’’ :
 Itegeko rikingira ibikorwa mvabwenge rigiye gutangura gushirwa mu ngiro mu Burundi
Mw’itangazo umushikiranganji w’inkino n’imico kama yashize ahabona, amenyesha ko iyo ngingo igiye gushirwa mu ngiro, mu ntumbero yo guteza imbere imico no kuyigira ishimikiro ry’iterambere rirarama ry’igihugu. Umushikiranganji Pelate NIYONKURU, amenyesha ko uwutazokwubahiriza iyo ngingo azohanwa hisunzwe amategeko akingira ibikorwa mvabwenge n’amategeko y’igihugu. Ikigo OBDA cashizweho n’itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero 100/237 ryo kw’igenekerezo rya 7 Mukakaro 2011
 Umurwi ndangakaranga AMAGABA washize ahabona amasanamu y’indirimbo "Burundi"
Ibirori vyo gushira ahabona ayo masanamu y’indirimbo Burundi vyabereye mu ngoro ndangamico y’abafaransa mu gisagara ca Bujumbura, vyari vyitabwe n’abakunzi b’umurwi ndangakaranga AMAGABA, abasanzwe bahurikiye muri uwo murwi, abamenyeshamakuru n’abandi. Mw’ijambo ryiwe, NIYUHIRE Jean Claude arongoye uwo murwi, yavuze ko amasanamu y’indirimbo Burundi bayafashe mu buryo budasanzwe, kuko bakoresheje n’ubuhinga bugezweho mu bijanye no gufata amasanamu hakoreshejwe ikigendajuru. Jean Claude NIYUHIRE, yarerekanye ikidasanzwe kiri mw’itunganywa ry’iyo ndirimbo, ati : « Abandi berekana imirima, ibibanza vy’iratiro canke ibibanza vyerekana akahise. Twebwe ivyo twerekanye vyose twabishize mw’ikarata y’Uburundi iryamye mw’ikarata ya Afrika. » Ku bibaza ko abakorera mu mirwi ndangakaranga boba bashira imbere urudandazwa, Jean Claude NIYUHIRE arabibeshuza, asigura ko umuntu wese agira akaranga atadandaza kuko hari na vyinshi aheba, mbere ata biranga umudandaza bafise. Uwo arongoye umurwi ndangakaranga Troupe AMAGABA avuga ko, bobo ico bakora ari ukwitangira igihugu, kandi ko abantu bakwiye kumenya ko bariko bakorera akaranga k’igihugu. Jean Claude NIYUHIRE arashimira abaterereye haba mu buryo canke mu mpanuro kugira amasanamu y’indirimbo BURUNDI aje ahabona, agasaba  n’abandi gushigikira mu gikorwa co guteza imbere akaranga, kuko akaranga ata mugambwe gafise, kandi kagira abantu bose. Raba amasanamu y’indirimbo Burundi :
 Boba bavuga bati : ”Gira ngeni” canke bavuga ‘’Kira Ngeni” ?
Ku bisanzwe mu Burundi, iyo habaye urubanza rw’ubugeni,  mu gukeza umugeni, abarundi bo muri bamwe bavuga ngo “Gira ngeni !”, ariko iyo mvugo bakayikoresha bisunze ko, urwo rubanza aba ari urw’ubugeni bakabona kuvuga gutyo, ariko baba bariko bavuga amakosa, kuko imvugo nziza ari ” KIRA NGERI !” nk’uko umukurambere twaganiriye avyemeza . Uwo mukurambere yatanze insiguro avuga ko, aho hambere hahise, hariho igikoko cabangamira imiyabaga y’imisore n’inkumi. Ico gikoko cama cabategere iminsi yose, bavuye kuvoma amazi canke bavuye kuragira ibitungwa kigomba kubarya. Iyo miyabaga, ibaye iri kumwe n’abubatse, baracamira kikiruka kuko carabatinya gose.  Umusore canke inkumi bahura atagendanye n’umugabo canke umugore yubatse, ubwiwe bwaba buheze kuko caca kimurya akaba asezeye isi. Iyo rero bishitse umusore canke inkumi akagira ubugeni ico gikoko kitamuriye,abavyeyi b’umuyabaga bariruhutsa cane bivuye ku mvo z’uko ico gikoko kitabahekuye, incuti,ababanyi n’abaryango bakabona gukeza uwo mugeni bamubwira bati” Kira Ngeri !” Iyo rero niyo nkomoko y’ijambo” Gira Ngeni !” naho abarundi  bo muri iki gihe babivuga nabi, kandi  bategerezwa kuvuga” ngo Kira Ngeri !”
 Menya inkomoko y’ijambo ’’Agahundwe’’
Mu majambo atandukanye yakoreshwa n’abarundi bo hambere, ikinyamakuru IGIHE carabatororokanirije imvugo z’abarundi bakoresha ubu,inkomoko n’insiguro z’ayo majambo. Muri ayo majambo, ijambo ‘’Agahundwe’’ ni rimwe muyakoreshwa, ariko benshi usanga batazi canke batahure ico bariko baravuga vy’ukuri. None ‘’Agahundwe’’ ni iki ? Mu nyigisho z’amayagwa, mu cigwa c’imico n’akaranga vy’Uburundi, ijambo ‘’Agahundwe’’ rifise insiguro zibiri.  Habaye igihe incoreke y’umwami yari imushiriye amata, hama ica iratsitara imbere yiwe ya mata yaramushikaniye  aca araseseka yuzura akanogo kari imbere y’umwami. Ya ncoreke hamwe n’abari bateramiye umwami baramaramara ndetse n’ugutangara kwinshi bivuye kuri ivyo vyari bihejeje kuba. Ako kanogo kari imbere y’umwami kagasesekamwo amata, niko kitwa agahundwe. Bisigura ko vy’ukuri, iyo bavuze ko kanaka yaguye mu gahundwe, aba yamaramaye bivanze n’ugutangara mu kintu yisanzemwo. Agahundwe Kari akazu k’ivyatsi kubatse mw’ishamba hafi y’umwonga, bakajanamwo umwigeme yasaziye iwabo akabura umugabo, iyo umukobwa yasaziye iwabo, abavyeyi baramurungika kwa inasenge kugira barabe basi ko yokina na bavyarawe hama aronke amahirwe yo kuronka imbanyi. Iyo yavuyeyo ataronse ayo mahirwe, yaragaruka iwabo asanga abiwabo baramaze kumwubakira ka gahundwe mw’ishamba kure y’aho baba. Uwo mwigeme yakabamwo wenyene gushika yaho urupfu ruza rukakamusangamwo.Apfiriyeyo Baca bavuga ko  uwo mwigeme yagaye mu gahundwe.
 Burundi Events yatanguje icese itorwa rya Miss Burundi 2018
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Andre HAKIZIMANA yavuze ko ihiganwa Miss Burundi, ritunganywa mu ntumbero yo kwugurura imiryango, kugira Uburundi bumenyekane mu makungu biciye mu mico kama. Andre HAKIZIMANA yavuze ko itorwa rya Miss Burundi ata mvo za poritike canke z’aho umwigeme avuka zijamwo, ariko atorwa hisunzwe, imico n’akaranga vyize, ubwiza bwiwe, hamwe n’ubwenge bwiwe. Uwo ajejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe Burundi Events ritegura ihiganwa Miss Burundi 2018, amenyesha ko abigeme bashka kuja muri iryo higanwa bazokwiyandikisha, kuva kw’igenekerezo rya 1 Ntwarante gushika kw’igenekerezo rya 16 Ndamukiza 2018. Bagereranije n’ihiganwa Miss Burundi 2016 hamwe n’ihiganwa Miss Burundi 2017, Andre HAKIZIMANA ajejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe Burundi Events ritegura ihiganwa Miss Burundi 2018, yasiguye igishasha kije muri uyu mwaka. Yavuze ati : « Uwu mwaka tuzoshika ku mashuri yisumbuye na kaminuza, kugira dusigurira abigeme ivyiza vyo kwitoza mw’ihiganwa Miss Burundi, kugira tubonereho kandi n’izindi mpano. Twararonse kandi abadushigikira bashasha nk’ibanki KCB hamwe n’ishirahamwe Loto Burundi. » Andre HAKIZIMANA arashimira abariko bashigikira ihiganwa Miss Burundi 2018 muri rusangi, agashimira Reta y’Uburundi, ku rugero ishigikirako ico gikorwa, ibicishije mu bushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama. Mw’ijambo ryiwe, Leonard SINZINKAYO, umuyobozi w’imico n’akaranga mu bushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama, ari nawe yaserukiye umushikiranganji, yamenyesheje ko kuba hatunganijwe ihiganwa Miss Burundi 2018, ari ikimenyetso ko n’ayandi mahiganwa yatunganijwe yagenze neza, kandi ko ari igikorwa co gushigikirwa, yisunze uburemere bwaryo. « Turashima igikorwa c’ihiganwa rya Miss Burundi kuko rishira ahabona ubwiza n’ubwenge bw’umurundikazi. Dusaba ko iki gikorwa coba icerekana vy’ukuri akaranga k’Uburundi. » Leonard SINZINKAYO amenyesha ko Reta y’Uburundi ibicishije mu bushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama ataco itazokora kugira ishigikire ihiganwa Miss Burundi 2018. Ihiganwa Miss Burundi 2018, ritunganijwe ku civugo : « Ukwikorera ivyabo ku barundikazi, vyoza bifasha mw’iterambere ry’igihugu. », akaba ari naco abigeme bazotorwa bazokwisunga mugushikiriza imigambi yabo. Umukobwa mwiza kandi aciye ubwenge azotorwa mu mwaka wa 2018, azoronka agashimwe k’imodoka yo mu bwoko bwa Ractus ahawe n’ishirahamwe ryo gutumatumanako Smart Burundi, ahabwe kandi ikibanza co kwubakamwo kingana n’imetero kwadarato amajana ane, azohabwa n’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Loto Burundi. Kugira umwigeme yemererwe kuja mw’ihiganwa, bisaba ko aba ari umurundikazi, afise hagati y’imyaka 18 na 25, kuba aba mu Burundi, kuba atubatse kandi ataribaruka, kuba afise ibiro 60 n’ibirenga, kuba apima imetero imwe na sanimetero 65, kuba aba mu Burundi gushika amezi 12 ahere, kuvuga neza ikirundi n’igifaransa.
 Umunsi mukuru w’umweranda Valentino ntubonwa kumwe na bose
Padiri Amando KANA, ajejwe ubutumwa bw’ingo n’imiryango mu kigo ca Foyer de Charité, avuga ko umunsi mukuru w’umweranda valentino ataho uhuriye n’ingeso z’abafata uwo munsi mukuru nk’uwo kuja mu buhumbu canke gutwarwa n’ibishobisho, ariko ko ari umunsi wo kugaragaza urukundo rw’ukuri rutagira uburyarya, rwo kwitwararikana,urukundo rw’iteka ku bubakanye canke ku bari mu rugendo rwo kwubakana. HAKIZIMANA Claudette, inkumi y’imyaka 24, avuga ko ata kamaro ko guhimbaza uwo munsi mukuru, akavuga ko abakundana batorindira iminsi mikuru ihuruzwako na bose kugira bagaragaze urukundo rwabo. Claudette ati « Saint Valentin yohimbazwa ku munsi  abikundaniye bahisemwo kuwuhimbaza.Ku bwanje hoba nko kw’itariki bamenyaniyeko. » Gaspard NTUNZWENIMANA nawe, afise imyaka 35, abona ko uwo munsi mukuru ari uw’abifise baba bashaka kwiryohererwa, kuri we akabona ko ataco umaze. Nayo Bernadette KANEZA, umuvyeyi w’abana 4 arababazwa n’urwaruka ruja mu buhumbu bakavyitirira « ugukundana », ku bwiwe akabona ko uwo munsi mukuru ukwiye guhimbazwa n’abubatse gusa. Révérien HABONIMANA, akora akongera akanadandaza amashurwe iruhande y’ishuri  rito rya Athéné, aho twamugendeye mu masaha y’umutaga,yavuze  ko ku munsi w’umweranda Valentino ahora aronka akunguko, n’aho avuga ko uno mwaka atari co kimwe n’imyaka iheze. Avuga ati :« Mu myaka yahera, isaha zitandatu zagera amashurwe yaheze, ariko uwu mwaka mbona abayagura ari bake cane.Nizeye ko ku muhingamo tuza kubaronka. » Kahise k’uwo munsi mukuru witiriwe umweranda Valentino, nk’uko tubibwirwa na Patiri Amando Kana, Umweranda Valentino yishwe azira uguhezagira mu mpisho inkumi n’imisore ishaka kurangura ibanga ry’abubakanye, mu gihe Umwami yitwa Claude II yari yatanze itegeko ryo kutabirana, Padiri Amando Kana arahamagarira urwaruka kudacafuza uwo munsi mukuru mu kuja mu ngeso zitabereye.
 Umurwi Umuduri Band watanze ubushimwe ku bana bize kuvuza ibicurarangisho kavukire
Uwo murwi w’abana witwa Umuduri Band kids ugizwe n’abana b’abarundi hamwe n’abana b’abanyarwanda, bakaba bahawe ubushimwe kuko batsinze amahiganwa yo kuvuza no kuririmba ku rwego rw’igisagara ca Kigali, bakaba baciye baronka uburenganzira bwo guhiganwa ku rwego rw’igihugu. Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE,umukuru w’umurwi Umuduri Band amenyesha ko ivyo birori bari babitunganije , mu ntumbero yo kerekana ingabire mu bijanye no gucuraranga abana n’urwaruka baba bafise. Uwo arongoye umurwi Umuduri Band yavuze ko naho bari hanze y’igihugu baguma bakora kugira akaranga k’Uburundi  kamenyekane . Umukuru w’umurwi Umuduri Band avuga ko bitunganijwe ku ncuro ya mbere, kandi babakoreye umurwi bisunze uko bamaze kumenya gucuraranga,ariko  bakizera kwigisha abandiu mu buruhuko bukurikira, aho banabigisha  kubana nabandi. Mwomenya ko abo bana bari mu murwi Umuduri Band Kids babahaye ubushimwe bugizwe n’ibikoresho vy’ishuri, amakaye, amakaramu n’ibindi. Umurwi Umuduri Band urategekanya kandi  gusubiramwo indirimbo "twese turi Bamwe"bafashijwe nishirahamwe ry’abaririmvyi bakorera hanze y’igihugu(INABUDI).
 Arsene Mugenzi : “Isoko y’imitahe izofasha abakeneye imitahe guhura imbonankubone n’ abanyamitahe.”
Ivyo yabishikirije mu ruganda ibanki nkuru y’igihugu BRB yatunganije kubamenyehamakuru kuruno wa mbere igenekerezo rya 5 Munyonyo 2018 mu ntumbero yo kubakahiriza ubwenge mu bijanye n’umugambi w’ishirwaho ry’isoko ry’imitahe. Arsene MUGENZI avuga ko mu gihe hari isoko y’abanyamitahe abakeneye umutahe barerekana imigambi yabo gutyo bigafasha abanyamitahe kwemerera uyu canke uriya aba awushaka. Kubijanye nuko ishirwaho ry’imitahe rizotuma amabanki y’ubudandaji azimangana ku rubuga,Arsene MUGENZI yavuze ko amabanke aguma afise uruhara ntangere kuko ariyo ahuza. Arsene MUGENZI yavuze ati: “Iyo soko y’imitahe ntizotuma amabanki azimangana ahubwo izoza kwongereza ibidandazwa gutyo bigafasha amabanki kuronka vyinshi vyo gukora.” Kubijanye n’amategeko agenga isoko y’imitahe,Arsene MUGENZI avuga ko iruhande y’itegeko rigenga uko hatorerwa umuti w’ibibazo bijanye n’iyo soko hariho itegeko ririgenga ubu riri mu nama nkenguzamateka rizofasha gukingira abanyamatahe.
 Athanase NSABUMWAMI :«Amasuzuma muri poritike y’ubudandaji arafasha kunagura ico gisata » 
Mu kiganiro yatanze mw’isuzuma rya 3 mu bijanye na poritike ry’ubudandaji mu gihugu no mu karere ka Afrika y’Ubuseruko,Athanase NSABUMWAMI yamenyesheje ko   amasuzuuma 2 ya mbere yabaye yatumye igihugu gishobora kumenya aho gishobora guhindura canke gukosora muri poritike y’ubudandaji ,kugira abagwizatunga bashobora gushora imitahe yabo mu gihugu hagati canke mu bihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko. Athanase NSABUMWAMI  avuga ko inama yatunganijwe mu mwaka  w’i 2012 yafashije kugira amategeko mu bijanye na poritike y’ubudandaji afatirwe hamwe bikazotuma igihugu c’Uburundi kizoronka ikibanza ciza murico gisata .
 Ishirahamwe ABEF risaba abanywanyi b’amabanki kuyitura iyo bafise ibibazo
Mu ruganda rwahuje ishirahamwe ry’amabanki ,ibigega vyo kuziganya no kuguranana hamwe n’abadandaji bo mu burengero bw’igihugu,umukuru wa ABEF Audace BUKURU yamenyesheje ko abanywanyi b’amabanki  kwama bitura amabanki buri mwanya bafise ivyo bashikiriza kuko amabanki ariho kugira atorere inyishu ibibazo baba bafise. Audace BUKURU avuga ko ingorane nyinshi basanze hagati y’abanywanyi n’amabanki ari ukutavugana hagati yabo. Audace BUKURU yagize ati : «Ikibazo ni kutavugana,banywanyi b’amabanki egera amabanki yanyu muvugane ntihagire ico munyegeza kuko ibanki ari nka muganga wanyu.» Umukuru w’ishirahamwe rijejwe kwigisha no guteza imbere abadandaza,Martin SINDARUHUKA yavuze ko muvyo basaba amabanki aruko ingurane yasabwe yotangwa ku mwanya muto kugira umudandaza arangure imigambi yiwe.
Martin SINDARUHUKA yagize ati : «Umudandaza atungwa n’ingurane,itangwa mu mwanya muto. » Ibibazo vyagiye biragaruka mu rurwo ruganda n’ibijanye nuko  umudandaji ashobora gusaba ingurane ibanki ariko akaronswa ingurane iri musi yiyo yasavye.
Umwigisha  SIGEJEJE ari mu batanze icigwa yishuye ko  bishoboka ukaronswa ingurane iri musi niyo wasavye  kuko iyo bariko bariga  idosiye y’uwasavye ingurane   ibituma bavyemera canke banka  ni vyinshi. Uyo yatanze icigwa yasiguye ko ushobora kuba ufise ingwati idakwiye n’amafaranga wasavye. Umuntu ariko ariga idosiye yawe aca aguhamagara akakubwira ko ingwati utanga idakwiye ,ugasabwa kugabanya umugambi wawe ungana ni ngwati ufise. Kubijanye n’abasaba ingurane nabo bagateba kwishurwa,SIGEJEJE yavuze ko ari amakosa aba yakozwe kuko  ata munywanyi yoba ariko ararondera ingurane atebwe kwishurwa ahubwo babwiirizwa kumubwira igituma ataronswa ingurane kugira abimenye hakiri kare,mu gihe atoyironswa ashobore kwungururiza ahandi.
 Jean Berchimas NIYONZIMA : «Ibidandazwa biragurishwa ariko nta mpapuro zivyerekana zitangwa.»
Ivyo yabishikirije kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 20 Mukakaro 2018 inyuma y’urugendo rwakozwe n’abakozi b’ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagisi OBR muri karitiye ya Asiatique mu ntumbero yo kwirabira ko hatangwa izo mpapuro « Factures » ku bidandazwa bigurishijwe Jean Berchimas NIYONZIMA yamenyesheje ko mu rugendo bakoze basanze ibidandazwa bigurishwa ariko impapuro zivyerekana ntizitangwe. Jean Berchimas NIYONZIMA yavuze ko urwo rupapuro rutangwa « Facture » bifasha umudandaza guharura neza ivyo yasohoye ,kumenya umwidondoro w’umuguzi hamwe no kumenya ikidandazwa cadandajwe. Uyo ajejwe amatagisi yo hagati mu gihugu muri OBR yavuze ko mu misi irimbere hagiye gushirwaho uburyo  bwo gutanga izo mpapuro biciye mu buhinga bwa none.
 OTB ivuga ko amafaranga yinjije mu mwaka wa 2017 yiyongeyeko imiriyaridi 10
Mu kiganiro ku bamenyeshamkuru ariko ashikiriza ivyaranguwe n’iryo shirahmwe, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe OTB Jacques BIGIRIMANA yamenyesheje ko uwu mwaka binjije amafaranga angana imiriyaridi 47.664.748.654 z’amafaranga y’amarundi angana n’amadorare imiriyoni 26.830.321 yavuye mu mwimbu w’amababi angana itoni zababa 50. Jacques BIGIRIMANA yavuze ko amatoni angana ibihumbi 9.706 y’icayi cadandajwe mu mwaka wa 2017 yavuye mu mababi ibihumbi 44.987 yimbuwe muri uwo mwaka, muriyo, itoni ibihumbi 31.392 vy’amababi y’icayi yavuye mu banyagihugu bafashwa na OTB, nayo itoni ibihumbi 13.595 ziva mu mirima bwite y’iryo shirahamwe. Ibindi vyashoboye kurangurwa n’ishirahamwe OTB mu mwaka wa 2017 hariho imiriyaridi 7.847.929.500 z’amafaranga y’amarundi yahawe imiryango ingana 60 bivuye ku nyungu yiyongeyeko, urwaruka ibihumbi 12 rwaronkejwe akazi mu gihe c’isoroma ry’icayi hamwe n’imiriyoni 241.403.354 y’amafaranga y’amarundi yahawe amakomine iryo shirahamwe risanzwe rikoreramwo. Ishirahamwe OTB rivuga ko mu mwaka wa 2017 ryashikanye umuyagankuba mu bice vy’aho rikorera i Teza, barubatse gushasha site Monoka RUHORORO irimwo inyubako zigezweho hamwe n’inyubako yubatswe ku cicero gikuru ca OTB. Jacques BIGIRIMANA arongoye OTB yavuze ko uno mwaka wa 2018 bagiye gukora neza gusumba kuko bamaze kuronka hafi itoni 16 z’amababi y’icayi, muriyo hakaba havuyemwo ibihumbi 3.266 y’icayi yadandajwe imiriyaridi 13.857.569.367 y’amafaranga y’amarundi mu mezi 3 aheze y’uwu mwaka wa 2018. Bimwe mu bigiye kurangurwa n’iryo shirahamwe muri uwu mwaka wa 2018, hariho inyubako izokubakwa kw’ibarabara rya Rumonge (RN3) izoba irimwo ibintu nkenerwa kuri Reta n’abanyagihugu, nk’uburaro n’ahakorerwa imanza.
 Amabanki asabwa gushiraho amategeko yerekana neza ivyo afasha abanywanyi bayo
Prosper NGENDANGANYA amenyesha ko itegeko rishasha rigenga amabanki ryashizweho mu ntumbero yo gushira ibikorwa vy’amabanki n’ibindi bisata bikora mu gisata c’ubutunzi ku gihe, kandi rishire amabanki ku rugero rumwe n’ayandi yo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko. Uwo muyobozi mw’ibanki nkuru y’igihugu BRB amenyesha ko mu ntumbero yo kworohereza abanywanyi bayo, amabanki ategerezwa gushiraho amategeko ari mu muco ajanye ku bikorwa vyayo n’ivyo afasha abanywanyi bayo. Prosper NGENDANGANYA avuga ko itegeko rishasha kandi ritasize inyuma n’abarimyi n’aborozi kuko hari ingingo iborohereza mu gihe basavye ingurane mu mabanki. Yavuze ati : ’’Dufatiye kw’itegeko rigenga amabanki rya kera, vyari bigoye ko abarimyi borozi baronka ingurane kuko basabwa gutanga ingwati ivyo navyo kikaba cari ikibazo kuko wasanga ata matongo bafise borwatiriza bakaronka naho baca barima. Ubu bazoronka ingurane hisunzwe amatongo bagomba kurima.’’ Itegeko rishasha rigenga amabanki No1/17 ryo kuwa 22 Myandagaro 2017 rije gusubirira itegeko No1/017 ryo kuwa 23 Gitugutu 2003.
 "Itegeko rishasha rigenga amabanki rizoterera mw’iterambere ry’igihugu" - BRB
Yugurura uruganda ku bamenyeshamakuru rwo guhanahana ivyiyumviro kw’itegeko rishasha rigenga amabanki kur’uyu wa mbere igenekere zo rya 6 Munyonyo 2017, icegera ca kabiri c’umuyobozi w’ibanki nkuru y’igihugu yavuze ko itegeko ryahahora ryari rifise aho ritajanye n’ibihe tugezemwo kuko hari iterambere mu bijanye n’ubutunzi. Annonciate NSENDAZIRASA yavuze ko itegeko rishasha rigenga amabanki rije gufasha cane mu gisata c’amabanki kuko rikingira abanywanyi b’amabanki , rigatuma kandi amabanki agira uruhara mw’iterambere ry’igihugu. Hejuru yo gufasha mw’iterambere ry’igihugu biciye mu mabanki, iryo tegeko rishasha kandi mu bijanye n’intwaro mu mabanki n’izindi nzego zikorera mu gisata c’ubutunzi. Yavuze ati : « Twisunze iri tegeko rishasha rigenga amabanki ,ibijanye n’intwaro mu mabanki n’izindi nzego zikorera mu gisata c’ubutunzi bizotezwa imbere,kandi rizoha ubushobozi bukwiye Ibanki Nkuru y’igihugu bwo kugenzura izindi nzego zikora mu gisata c’ubutunzi. » Abagiye baratanga insiguro ku biri mw’itegeko rishasha bose baragarutse ku turusho n’ingingo zishasha ziri muri iryo tegeko, haba ku bijanye n’icatumye rihindurwa, ku bijanye n’ukwongereza ubushobozi bwo kugenzura ayandi mabanki bikorwa n’ibanki nkuru y’igihugu, ibijanye no gukingira abanywanyi b’amabanki, hamwe kandi no guteza imbere intwaro mu bisata vy’ubutunzi. Ku bijanye n’ikingirwa ry’abanywanyi b’amabanki ari naco cagarutsweko cane n’ababajije ibibazo ,Audace NIYONDIKO  akora mw’Ibanki Nkuru y’Igihugu yamenyesheje ko abanywanyi b’amabanki bategerezwa kumenya ko amabanki bagiyemwo yemerewe gukora n’ibanki nkuru y’igihugu, bakamenya kandi ibisabwa kugira buguruze ububiko. Mwomenya ko urwo ruganda rutunganijwe ku ncuro ya kabiri inyuma y’urundi rwatunganijwe mu mwaka uheze wa 2016.
 CEA : Ubutunzi bw’igihugu c’Uburundi ntibwiyongeye k’urugero rushimishije.
Icatumye ubutunzi bw’igihugu budatera imbere, Andrew Mold asanzwe arongoye vy’imfatakibanza ibiro vy’urwego rujejwe ivy’ubutunzi muri Afirika mu karere ko mu bihugu biherereye mu buseruko, asigura ko ubutunzi bw’igihgugu c’Uburundi butanagutse kuko kenshi ubutunzi bw’igihugu bushingiye ku gisata c’uburimyi naho umwimbu uva  muri ico gisata ukaba waragabanutse ku bice 28 kw’ijana kuva mu mwaka w’1982, kandi abantu baguma biyongera. Andrew Mold avuga ko ibisata bijanye n’ingenzi, ubudandaji hamwe n’amahinguriro bitatejwe imbere kandi biri mu vyotuma ubutunzi bunaguka aho mu mwaka wa 2015 ivyo bisata vyasubiye inyuma kubera indyane zari mu gihugu, bituma igihugu kihahombera vyinshi. Andrew Mold yashikirije icegeranyo c’uko ubutunzi bw’igihugu cifashe yavuze ko mu myaka 10 imbere y’umwaka wa 2015 naho ubutunzi bw’igihugu c’Uburundi bwari musi y’ibindi bihugu bisangiye akarere, umwimbu wagenze neza gushika ku bce 4,5 kw’ijana, aho ibikorwa bijanye n’imibano, amagara y’abantu hamwe n’indero vyagenze neza, ariko mu mwaka wa 2015 ibintu vyagiye bisubira inyuma. Andrew Mold arongoye CEA muri afrika y’Ubuseruko avuga ko  Uburundi bufise imihora myinshi yotuma igihugu kinagura ubutunzi bwaco ,agafatira ku muhora  wo mu kiyaga ca Tanganyika uhuza Uburundi n’ibihugu vya Tanzaniya, Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo hamwe n’igihugu ca Zambiya hamwe n’amasoko rusangi yo mu burere Uburundi buherereyemwo vyotuma igihugu kihungukira. Mwomenya ko icegeranyo cerekana uko ubutunzi bw’igihugu bwifashe gifasha kugira Reta n’amashirahamwe bifashanye mu kunagura ubutunzi bw’igihugu, ubu hakaba hamaze gusohoka ivyegeranyo  vy’ibihugu 43 vyo muri Afrika bihurikiye muri CEA , ariko umushikiranganji Serge NDAYIRAGIJE ajejwe imigambi ya Reta y’Uburundi n’intwaro ibereye yari yitavye iyo nama, akaba yamenyesheje ko ico cegeranyo cakozwe na CEA gifatiye ku biharuro bitarivyo.
 Abafise imiduga mu gisagara ca Bujumbura basaba umuco ku mafaranga barihishwa
Inyuma y’ingingo y’igisagara ca Bujumbura yo gutangura kurihisha amafaranga ahahagaritswe imodoka mu gisagara ca Bujumbura bamwe mu bafise imodoka bavuga ko bataratahura ingene iyo ngingo iriko ishirwa mu ngiro. Kw’ibarabara ryitiriwe Amitié ,Umukenyezi ahejeje kurihishwa amafaranga 300 y’aho ahagaritse imodoka yerekanye amakenga afise kuri iyo ngingo,avuga ko asanzwe ariha ikori none adatahura ayo mafaranga nayo ico akora, mu gihe asanzwe ari mu bukene. «Ego ndarishe, kandi sinovuguruza ingingo ya Reta, ariko sintahura ingene ndiha aha kandi nkariha n’ikori, hanyuma nduze muri quartier ya Rohero nsubire ndihe kandi. None hoho ko ngiye aho mara iminota irenga 30 ni nde aca araba imodoka yanje kugira ntigire ikibazo?» Ku rundi ruhande, abunguruza abantu bakoresheje imodoka zito zito (Taxis), bavuga ko babimenyereye kuko haheze iminsi itari mike batanguye kuriha mu gisagara ca Bujumbura. Yavuze ko bariha 15000 vy’amarundi ku kwezi ku kwezi,ariko ko nabo nyene gushika ubu batarabona neza ico ayo mafaranga akora. Mwomenya ko mu bibanza bitandukanye mu gisagara ca Bujumbura uwuhahagaritse imodoka ariha amafaranga 300 kw’isaha,mu gihe uwushatse kuriha ku umunsi wose ariha 2000 vy’amarundi. Mu gisata kijejwe gutoza amafaranga mu gisagara ca Bujumbura, twabarondeye kugira bagire ico bashikirije ku bijanye n’amakenga y’abarihishwa ku bibanza bahagaritsemwo imodoka, ariko ntitwashoboye kubaronka. Tubandanya kubarondera.
 Ikigo OBR kimenyesha ko umwimbu wiyongereye mu kwezi kwa Rusama
Mw’itangazo ry’ikigo OBR ryateweko umukono na komiseri mukuru Audace NIYONZIMA kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 2 ruheshi umwaka wa 2017 ,ikigo OBR kimenyesha ko amafaranga yatojwe arenga ku yari ategekanijwe ku miriyaridi 54,40  y’amafaranga y’amarundi mu gihe vyari bitegekanijwe ko gitoza amafaranga imiriyaridi 52,14 . Muri iryo tangazo ikigo gitoza amakori n’amatagisi OBR kimenyesha ko bagereranije amafaranga n’amafaranga  imiriyaridi 45,20 yatojwe muri rusama umwaka uheze wa 2016, uyu mwaka wa 2017 hiyongereyeko imiriyaridi 9,19 angana  20,3 kw’ijana. Ikigo OBR kibandanya kimenyesha ko kuva muri Nzero gushika muri rusama umwaka wa 2017  cashoboye kwegeranya  imiriyaridi zishika  ku 283,89 z’amafaranga y’amarundi aza asumba amafaranga ashika ku miriyaridi 282,42 yari ategekanijwe. Ku mafaranga  imiriyaridi 245,73 yari yatojwe kuva muri nzero gushika muri rusama 2016 hiyongereyeko  imiriyaridi 38,16 angana n’ibice 15,5  kw’ijana .  Ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagisi OBR kikamenyesha ko cegeranije amakori n’amatagisi asumba ayari ategekanijwe gushika ku bice 39 kw’ijana.
 Deo Guide RUREMA: “Amazi ya Tanganyika yahinduye ibara  nta ngaruka bifise ku magara y’abantu .”
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru umushikiranganji w’ibidukikije,uburimyi n’ubworozi Deo Guide RUREMA yamenyesheje ko bamaze kumva ko amazi yatanganyika yahinduye ibara baciye barungika abahinga babijejwe hamwe nabo  mw’ishirahamwe REGIDESO basanga amazi meza atigeze ashikirwa n’iryo hinduka ry’ibara ry’amazi ,kandi iryo bara ry’akatsi kabisi kibonekeje gusa hejuru ritashitse k’uburebure buja mu kuzimu. Deo Guide RUREMA avuga ko amazi meza asanzwe akoreshwa atorwa ku metereo 25 uja mu kuzimu. Uyo mushikiraganji avuga kandi ko abarovyi basanze aho ku kiyaga baryohewe n’iryo hinduka ry’ibara ry’amazi y’ikiyaga Tanganyika kuko bituma umwimbu w’amafi mu kiyaga wiyongera. Deo Guide RUREMA yavuze ko abo barovyi bemeje ko iryo hinduka ry’ibara ry’amazi mu kiyaga Tanganyika ryigeze kwibonekeza mu mwaka wa 2008. Deo Guide RUREMA asaba abanyagihugu kubandanya bakingira ikiyaga no kutagicafuza,abarovyi nabo abasaba guheba gukoresha ibikoresho bitemewe n’amategeko mu kuroba.
 Umushikiranganji w’ibidukikije asaba abamenyeshamakuru gukorana n’ikigo IGEBU
Yugurura uruganda rwo gutanga amakuru ku bijanye n’ikirere mu kiringo c’Uburimyi c’agatasi, kuva mu kwezi kwa Nyakanga gushika muri Kigarama, umushikiranganji Celestin NDAYIZEYE yamenyesheje ko ihindagurika ry’ikirere ritakiri ibanga mu Burundi kuko hari ibimaze kuba vyerekana ko Uburundi nabwo bumaze gushikirwa n’ingaruka z’ihindagurika ry’ikirere. Celestin NDAYIZEYE amenyesha ko Reta y’Uburundi yamaze gushiraho intumbero yo gukinga ibiza bafashijwe n’abafasha muri uwo mugambi wo gukinga impanuka zivuye kw’ihindagurika ry’ikirere. Umushikiranganji w’ibidukikije, amazi no gutunganya ibisagara avuga ko kumenya uko ibirere bihindagurika ari intambwe nziza kuko bifasha abari mu bisata bitandukanye na cane cane abakorera mu gisata c’ibidukikije kumenya uko bigenza.
 "Twari kwipfuza ahubwo ko n’abatarashira umukono kuri ayo masezerano bonyaruka"
Alphonse Polisi, umuyobozi ajejwe ibidukikije n’ihindagurika ry’ibihe mu kigo OBPE (Office Burundais de Protection de l’Environnement) avuga ko bitari bikwiye ko umukuru w’igihugu Donald TRUMP akura igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika mu masezerano y’i Paris, kuko vyari kuba vyiza ahubwo ibihugu vyose bikoreye hamwe kuko iyo ibihugu biri hamwe bigira inguvu gusumba iyo igihugu cose gikoze ukwaco. Umuyobozi ajejwe ibidukikije n’ihindagurika ry’ibihe muri OBPE yibutsa ko imbere y’uko ayo masezerano ashikwako, ibihugu vyose vyayemeje vyabonye ko bikenewe ko vyokorera hamwe kuko ikibazo c’ihindagurika ry’ibihe ari ikibazo c’ubuzima n’ukubaho kwa minsi yose. Ivyo bihugu vyumvikanye kugabanya umurindi w’iduga ry’ubushuhe, bashiraho ingingo zibiri zijanye n’ibikorwa bijanye n’ukugabanya ivyuka hamwe n’ibikorwa bijanye n’uguhangana n’ingaruka mbi z’ihindagurika ry’ibihe. "Twari kwipfuza ahubwo ko nyabuna n’abatarashira umukono kuri ayo masezerano ko bonyaruka kugira ibihugu bigire inguvu, hanyuma turabe ko dushobora guhangana n’ihindagurika ry’ibihe riteye ingorane nyinshi kw’isi.", uko niko Alphonse Polisi yabwiye ikinyamakuru IGIHE. Polisi Alphonse asaba ko mu biganiro bigiye kuba ku bijanye n’iyo ngingo ya Amerika y’ukwikura muri ayo masezerano, umwumvikano woboneka kugira ibihugu vyose bije hamwe mu kurwanya ihindagurika ry’ibihe. Amasezerano y’i Paris ku vyerekeye ihindagurika ry’ibihe avuga ko ibihugu biri mu nzira y’amajambere bishigikirwa kugira bishobore guhangana n’ihindagurika ry’ibihe, ibihugu vyateye imbere navyo bikegeranya uburyo bukoreshwa mu migambi hamwe n’ibikorwa vy’uguhangana n’ihindagurika ry’ibihe. Ubwo buryo bugatangwa n’ibihugu biteye imbere bisanzwe mbere arivyo birungika ivyuka vyinshi mu kirere.
 Ubumwe bwa Buraya bwagumye mu masezerano y’i Paris
Ivyo yabivugiye mu nama i Buruseli ari kumwe n’umushikiranganji wa mbere w’Ubushinwa, Li Keqiang, inyuma y’umunsi umwe Prezida Trump amenyesheje ko Amerika ivuye mu masezerano yo mu 2015. Nk’uko vyanditswe na BBC, Juncker yavuze ko Ubushinwa n’ubumwe bwa buraya bakorana kugira isi igere aho ikoresha amasoko ntanganguvu atonona ibidukikije, kandi ko bitazosubira inyuma mu gihe bizana ivyashara, bigakwega abanyamitahe n’abashakashatsi. Ivyo bihangange ukwo ari bibiri vyiyemeje kubungabunga ayo masezerano, co kimwe n’igihugu c’Uburusiya. Ibihugu vy’Ubudagi, Ubufaransa hamwe n’Ubutaliyano vyiyamirije ivyo Donald Trump asaba vyo gusubiramwo amasezerano. Umuvugizi w’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, yavuze ko ingingo ya Trump y’ugukura Amerika muri ayo masezerano iciye amakungu inkokora. Amasezerano ya Paris asaba Amerika n’ibindi bihugu 187 kugerageza kugira ubushuhe ntibwiyongere ku bipimo bibiri vya Celsius, aho bizoshoboka ntiburenze igipimo kimwe n’igice.
 Ibihugu bikenye bigiye gufashwa muvy’ihinduka ry’ibihe
Ibanki y’isi yatanguje umugambi wo kwongereza imfashanyo gushika ku 50 kw’ijana mu mugambi wo gufasha ibihugu biri mu nzira y’amajambere, mu ntumbero y’uguhangana n’ihindagurika ry’ibihe. Iyo banki itegekanya gushika mu mwaka w’2020, kuba yongeye ku mahera ikoresha ku mwaka, imiriyaridi zitatu n’imiriyoni amajana atanu z’amadorare, mu ntumbero yo guha ingoga igisata c’abikorera utwabo. Nk’uko tubikesha BBC, imwe mu ngingo z’uwo mugambi wa banki y’isi yose, n’ukwongera amasoko ntanganguvu adahumanya ikirere, mu kuronsa umuyagankuba ingo zishika imiriyoni ijana na mirongo itanu. Ibanki y’isi yose itegekanya kandi gushora amahera muco yise "climate smart" mu burimyi ku bihugu mirongo ine, yongere kandi amahera akoreshwa mu kwunguruza abantu n’ibintu hakoresheje ubuhinga butabangamira ibidukikije.
 COP21 : Uburundi bwaserukiwe na Yozefu BUTORE
Abitavye inama igira iya 21 (COP21) bagiye kumara indwi zibiri bariko barahanahana ivyiyumviro kuvyokorwa kugira hagabanuke imyuka irungikwa mu kirere igatuma ubushuhe bwiyongera kw’isi. Iyo nama yatanguye kuri uwu wa mbere mu gisagara ca Paris, yatunganijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Muri iyo nama, abaserukiye ibihugu bitandukanye biteze gushika ku masezerano yotuma imyuka irungikwa mu kirere ikongereza ubushuhe kw’isi igabanuka. Abakuru b’ibihugu bagera kw’ijana na mirongo umunani nibo bitavye iyo nama izomara indwi zibiri. Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yaserukiwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Yozefu BUTORE muri iyo nama ihariwe ibidukikije. Inyuma y’iyo nama, abaserukiye ibihugu bazotera umukono ku masezerano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU y’ivyokorwa kugira ihindagurika ry’ibihe rironke inyishu zirama. Igihugu cose kizozana ivyokorwa.
Ico ivyo bihugu bizoshira imbere, ni ukugabanya imyuka yonona igisenge c’isi, igatera ubushuhe. Ban Ki Moon, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yasavye ko abakuru b’ibihugu bari muri iyo nama ko bokora ibishoboka vyose ku buryo ukwiyongera kw’ubushuhe kw’isi kutorenga ibipimo bibiri (2 degrés Celcius).
 Zimwe mu ntara kama z’Uburundi zirabangamiwe n’ihinduka ry’ibihe
Intara kama  ya Mirwa  irageramiwe n’ihindagurika ry’ibihe kubera idakingiwe bikwiye kandi ari ahantu hahanamye cane, nk’uko bivugwa n’umwigisha muri za kaminuza, akaba n’umuhinga mu vy’ibidukikije Jean Marie Sabushimike. Avuga ko abantu baba mu Mirwa bapfa kurima kw’isi ihanamye badakurikije amategeko y’ ibidukikije ajanye n’aho hantu, ivyo bigatuma imvura nyinshi isanzwe igwa mu mirwa ica ituma isi itwarwa. Haba rero  hejuru mw’itaba  ry’imisozi canke amaj epfo, isi isa n’ iyidakomeye, kuko iravungagurika cane .Ivyo bigaca vyunyurwa n’imvura nyinshi igwa kuko aho mu Mirwa ari igice c’Uburundi, kironka imvura nyinshi cane, umuntu agereranije n’iyigwa mu zindi ntara z’igihugu. Isi n’imisozi yo mu mirwa rero  yama yuzuye amazi menshi bigatuma isenyagurika kubera idakingiwe. Aha twovuga nk’imiserege  isa n’iyibagiwe n’ibiti bidakwiye, kugira bifate isi ica izanana umuvuduko mwinshi ikagenda irahitana ivyo vyose isanze mu nzira, gushika iruhukire mu kiyaya c’imbo canke mu kiyaga Tanganyika. Sabushimike akavuga ko igihugu rero gikwiye kuhagabira hakaba ingingo z’ugukinga ,zubahirijwe n’amategeko, n’abategetsi igihe cose. Tukabamenyesha ko igice ca Mirwa kigizwe n’intara nka Cibitoke, Bubanza, Bujumbura, Rumonge na Makamba.
 Uruzi rwa Ntahangwa rurabangamiye ishure rya Nyakabiga ya 3
Uruzi rwa Ntahangwa  rurabandanya kwiyagurira inkombe zarwo, ibitera ubwoba ababa muri iyo komine, mbere bakabona ko ivyabo bishobora n’ukuhasigara.  Inkombe z’urwo ruzi rwa Ntahangwa rero ziguma ziyagura, zikaba zigeze aho zishobora n’ukubomora ishuro rya Nyakabiga ya gatatu, risanzwe rishigikiwe n’ishengero rya Pentekoti. Kugeza ubu ico kibazo c’izo nkombe z’urwo ruzi, kiramaze n’ukumenyekana mu biro vy’umukuru w’igihugu, ari naco gituma hasabwa ko ibikorwa vy’urwo ruzi vyokorwa mu ntumbero yo gukinga ibara ritaragwa, nk’uko bivugwa na Salvator Mpangaje asanzwe arongoye Nyakabiga ya 3, akaba anarongoye komite ikingira urwo ruzi rwa Ntahangwa. Kugeza ubu rero, amashure abiri ya Nyakabiga ya 3 aja yaramaze kwugarwa, ku bwoba ko yohava ahitana ubuzima bw’abana bahiga n’abarezi babo. Umukuru wa Nyakabiga ya gatatu, akaba yemeza ko igituma urwo ruzi ruguma rwiyagurira inkombe mu gushaka kubomora amwe mu mazu n’inyubakwa zindi zitandukanye, ari abaguma bimbamwo imusenyi.
 Mu myaka 15 iri imbere amazi ashobora kuba make
ONU yaburiye abantu ko hashobora kuba ikibazo gikomeye c’amazi kw’isi mu myaka 15 iri imbere, aho ibice 40% vy’amazi azoba akenewe ashobora kutazoboneka, kiretse abantu bahinduye uko bayakoresha. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko ahanini ibibituma ari ibihe vyahindutse nk’ukuntu imvura igwa, amasoko yo munsi y ‘isi agenda agabanuka, ibitigiri vy’abasanzwe baba kw’isi  bigenda vyiyongera, ibisagara bigenda yiyongera, amazi menshi akoreshwa mu mahinguriro no mu burimyi ndetse n’ihindagurika ry’ibirere.
Icegeranyo ca ONU kirasaba amareta gusubira muri poritike zigenga amazi no kwongera gukoresha amazi aba yakoreshejwe. Ico cegeranyo kandi kivuga ko ibintu bibandanije  uko biri hari uduce tw’Ubushinwa, Ubuhindi, Leta zunze ubumwe za Amerika dushobora kutongera kubakwo kubera ibura ry’amazi.
 Uwahoze acungera ubuzima bwa Zebiya yemeza ko uwo mwigeme ageze mu gihugu ca Australiya
Jimmy NEMEYIMANA avuga ko yatanguye kuja kwa Zebiya i Businde, Komine Gahombo, intara ya Kayanza, mu mwaka wa 2014, agiye gusengerwa kuko yari arwaye, ari naho yafatiwe aca yinjizwa ibohero rikuru rya Mpimba, amarayo umwaka urenga. Uwo yahoze ari umusirikare yemera ko yari mu begereye cane Zebiya, akaba n’uwujejwe umutekano wiwe, avuga ko abibaza ko Zebiya yoba akiri mu Burundi canke mu bihugu bihana urubibe n’Uburundi atarivyo, kuko yahavuye, mbere amaze no kwubaka urugo. « Zebiya yarubatse urwiwe, yubatse yisunze amategeko na Rugamba Juvenal. Ubukwe bwiwe abantu barabwitavye. Ubu ari mu gihugu ca Australiya, abana n’umugabo yavuye mu mwaka wa gatanu w’ishuri ry’ubuganga muri kaminuza y’Uburundi. » Jimmy NEMEYIMANA avuga ko Zebiya yagiye mu gihugu ca Australiya, aciye mu gihugu c’Ubuganda, hanyuma aca mu gihugu ca Canada. Kandi amaze no kwibaruka umwana w’umwigeme. Nk’umwe mu bari barongoye abayoboke ba Zebiya baciye mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo hanyuma bakaja mu gihugu c’Urwanda, yemeza ko baheruka kuronka ubutumwa bwa Zebiya mu mwaka wa 2015. Mu minsi yose abo bayoboke bamaze mu buhungiro, bemeza ko batigeze babona umwigeme Zebiya. Abo bayoboke bavuga ko ivyo bitabaciye intege, kuko ku bwabo, atariwe bari bakurikiye. "Zebiya ntawe twabonye kandi siwe twakurikiye, twakurikiye Imana yacu yatubonekeye ku kibanza ceranda ca Businde. Ariko yaradufashije mu gihugu c’Uburundi mu kubandanya gusenga kwacu. Nivyo vyadufashije n’ubu kuba tugihagaze mu kwemera."
 Musenyeri Evariste NGOYAGOYE ntakiri Umwungere wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura
Musenyeri Gerevasi BANSHIMIYUBUSA yagenwe kandi kuba Umwepisikopi ahagarariye Diyoseze nkuru ya Bujumbura kw’izina rya papa Fransisko. Iyo ngingo ya Papa Fransisko ifashwe inyuma y’aho Musenyeri Evariste NGOYAGOYE asabiye ko yotangura akaruhuko k’ubusaza. Ako karuhuko ko muzabukuru kakaba kagengwa n’igitabo c’amategeko ya Ekereziya kw’isi yose, mu ngingo y’401 ku karongo ka mbere. Ico gitabu c’amategeko kivuga ko Umwepisikopi ashikanye imyaka 75 ashobora gusaba gutangura akaruhuko ko mu busaza, aho tukabamenyesha ko Musenyeri NGOYAGOYE Evariste yasubirijwe mu gihe yari arumanije imyaka 77.
 Cibitoke-Rugombo : Abayoboke batatu b’idini rya Islam bari mu minwe y’igiporisi
Amakuru ava mu bayoboke b’idini rya Islam mu ntara ya Cibitoke, amenyesha ko abo bayoboke batatu bahagaritswe bagirizwa gutunganya imyiyerekano yo kwiyamiriza bamwe mu barongozi b’idini rya Islam. Ayo makuru nyene amenyesha ko abahagaritswe uko ari batatu bagiriza, bamwe mu barongozi b’idini rya Islam,aho muri komine Rugombo, ko basesagura kandi bagakoresha nabi amatungo y’idini. Naho bamwe mu miryango y’abahagaritswe isaba ko barekurwa, abarongozi b’idini rya Islam muri komine Rugombo bamenyesha ko borindira ubutungane bugakora igikorwa cabwo.
 Concert de Louange et d’adoration par BICC
Reuben Kigame, le chanteur Kenyan très connu dans le monde du gospel sera des nôtres. Ne vous privez pas de cette occasion où vous puiserez une multitude de bénédictions. « Car moi je connais les projets que j’ai conçus en votre faveur, ce sont des projets de paix et non de malheur, afin de vous assurer un avenir plein d’espérance », déclare l’Eternel. (Jérémie 29 :11) Frères en Christ, venez rendre grâce au Seigneur car tout ce qu’Il met sur votre chemin est bon. Alors ne ratez pas ce moment magique et venez partagez avec nous la joie d’être  « enfant du Vainqueur »!
 Igiteramo co guhimbaza Imana categuwe na BICC
Muri ico giteramo, Reuben Kigame, umuririmvyi azwi cane ku ndirimbo ya « Shukurani Bwana » n’izindi ndirimbo zo kuninahaza Imana, azoba ari umutumire w’iteka. « Kuko nzi Ivyiyumviro Mbiyumvirako, ni jewe Uhorah mbivuze, kw’ari ivyiyumviro vy’amahoro, atari ivyiyumviro vy’ivyago, kugira ngo mbahe ivyizigiro vyo mwiherezo ryanyu. » Yeremiya29 :11 Bavukanyi muri Kristo, ntimutangwe rero kuza gushimira Umukama kuko imigambi ishira mu nzira zanyu ari myiza. Ntimutangwe rero kuza gusangira natwe  akanyamuneza ko kuba abana b’uwanesheje. Kwinjira ni amafaranga ibihumbi bibiri hasi, hamwe n’ibihumbi bitanu hejuru.
 Bururi : Pasitori apfunzwe yagirizwa kugereranya Papa Fransisko na "Anti-Christ 666"
Mu nyigisho uwo mupasitori agenda aratanga abicishije mu nzandiko atanga, avuga ko umwungere wa Ekereziya Gaturika, Papa Fransisko ari "Anti-Christ", akamugereranya n’igitigiri 666. Mu giporisi bamenyesha ko bafashe uwo mugabo afise igitabu gicafyemwo igikoko gifise imitwe indwi, ico gikoko akakigereranya na Papa Fransisko, umwungere wa Ekereziya Gaturika kw’isi yose. Ico gikoko cambaye inkofero yanditseko igiharuro 666, Pasitori HAKIZIMANA akigisha ko iyo nkofero nyene ico gikoko cambaye ariyo Papa Fransisko yambara. Pasitori Didier HAKIZIMANA avuga kandi ko ishengero rya Gaturika ari "Anti-Christ" kubera ridahimbaza umunsi w’Imana ku munsi wa gatandatu, nk’uko bikorwa n’urushengero rwiwe rwa Adventiste rw’umunsi w’indwi. Uwo mupasitori apfunzwe yagirizwa gutyoza ubwigenge bw’amadini hamwe n’ukwaka agateka umwungere wa Ekereziya Gaturika. Mu giporisi bavuga ko uwo mupasitori ariko arakorerwa Dosiye kugira ashikirizwe ubutungane.
 Umunsi mukuru w’intama wahimbajwe mu gisagara ca Bujumbura
Kuva igihe c’isaha icumi na zibiri n’iminota 50, aba islam bavuye mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura bari bamaze gutangura kwijira mu musigiti bitirira Malikaz canke abandi bazi nko kwa Kadhafi, mu kurindira ko isaha imwe n’igice z’igitondo ishika kugira batangure amasengesho nyezina. Uwari arongoye igisabisho yibukije ico umunsi wa Id’El-Hadji usigura ku ba islam, aca asaba ko abo Imana yahezagiye bakaronka igitungwa babaga kuri uno munsi bokwibuka gusabikanya n’abataronse. Ati: «Uwu munsi twibuka aho Aburahamu yagomba abage umwana wiwe Isaka ngo amutangeko ikimazi, ariko Imana ica ikora igitangaza gikomeye imurungikira intama ibagwa mu kibanza c’umwana wiwe Isaka.» Yongeye ati : «Nico gituma rero umu Islam wese abishoboye ahamagarirwa kubaga igitungwa, igice kimwe akagifungura ikindi akagisangiza abatashoboye kuronka igitungwa. Nkahamagarira umu islam wese ko niyabona uwuje kumusaba kutamwirengagiza kuko azoba ari intumwa y’Imana.» RUKUNDO Ismail yaje avuye mu Kanyosha yavuze ko ari umunezero kuko ashikiriye umunsi wo guhimbaza umunsi w’intama akiri muzima.
 Abari mw’idini rya "Islam" buca batangura ukwezi kwo kwisonzesha
Mu Kwezi kwa Ramadhan, ni akaryo ku bari mw’idini rya Islam ko kwiyegereza Imana, mu kunagura imigenderanire nayo, na cane cane mu kurangura ibikorwa vy’urukundo, murivyo hakaba harimwo gufasha abakene, abatishoboye hamwe no kugendera abagwayi. Ukwo kwezi rero kugenewe kwisonzesha no kusenga kugira abari mw’idini rya Islamu barushirizeho kwegera Imana. Ukwisonzesha muri ukwo kwezi kwa Ramadan, gusanzwe gufise intumbero zibiri : gukomeza ubumwe mu miryango mu gihe bariko barasangira ibifungurwa vyo ku mugoroba hamwe no kwiyegereza Imana gusumvya uko bahora babikora. Ukwosonzesha kukaba ari kimwe mu nkingi zigize idini rya islamu harimwo kwemera Imana imwe rudende, gusenga gatanu ku munsi, gufasha abagowe no kugira urugendo i Maka. Ukwo kwezi kwa Ramadan kukaba kwanshinzwe kugira kube ukwezi kwo kwisonzesha, ukwezi kw’icenda mu mwaka bivanye n’igihe ukwezi guserukiye. Ivyo bikaba ari itegeko ku mu islamu wese, yaba umugabo, yaba umugore canke umuyabaga. Muri ukwo kwezi, baributsa abatunzi bose kwibuka no gufasha abagowe, kwitaho abagwaye.
 Abayisiramu bahimbaje umunsi witiriwe ugucungurwa kw’imitima
Abayisiramu bo mu Burundi bifadikanije n’abandi bo kw’isi yose mu guhimbaza umunsi mukuru witirirwa uw’intama. Igisabisho c’uguhimbaza uwo munsi cabereye mu bibanza bitandukanye, abayisiramu bo mu gisagara ca Bujumbura bakaba bahuriye muri zone ya Gatumba, komine Mutimbuzi, mu ntara ya Bujumbura. Uwuserukira imbere y’amategeko umuryango w’abayisiramu mu Burundi, Cheikh Sadiki KAJANDI yamenyesheje mu nyigisho yatangiye mu Gatumba, ko umunsi mukuru w’intama usigura ugucungurwa kw’imitima ikava mu ngeso mbi, ikijukira inzira ija ku Mana. Cheikh Sadiki Kajandi yasavye Abarundi ko boyaga bahuza birinde ingwano, bashire imbere ineza, aho akaba ari mu gihe igihugu kiri mu bikorwa vy’ukumenya ukuri n’ukurekuriranira.
 Macca : Abantu imiriyoni zibiri bari mu rugendo 
Abantu bo mw’idini rya Islam baharurwa mu miriyoni zibiri, baturuka mu bice bitandukanye vy’isi, nibo bari muri Arabia Saudite mu rugendo rw’imisi itanu rwama rwabahuje uko mwaka utashe i Macca. Urwo rugendo rutunganwa mw’ihimbazwa ry’umunsi mukuru w’intama uhimbazwa kw’isi yose kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 12 Nyakanga 2016. Igihugu ca Irani uwu mwaka nticitavye urwo rugendo, mu kuvuga ko igihugu ca Arabia Saudite ata bushobozi gifise bwo kwitaho abantu mu bijanye n’amagara yabo hamwe n’umutekano. Abayisilamu b’abanyairani bo mu bwoko bw’Abashiite bahisemwo gutumbera mu gisagara ceranda c’i Karbala kiri muri Iraki. Tubamenyeshe ko mu rugendo rwo mu mwaka uheze, abanyairani baharurwa mu majana aribo bapfuye ku bwinshi mu bantu bashika 2000 bapfiriye mu misunikano yabereye aho i Macca. Ikindi catumye Irani itashimye kuja i Macca, n’uko basanzwe batumvikana na Arabiya Saudite, bitumwe n’intambara zo muri Yemeni na Siriya, aho ivyo bihugu vyose bifise abo bifashe mu mugongo.
 Agashimwe ka Fondation FEMIDEJABAT kahindutse imfashanyo y’abatishoboye
Ako gashimwe umuririmvyi NSENGIYUMVA MINANI Félicien asanzwe aba mu gihugu ca Norvège yakaronse mw’ihiganwa ry’indirimbo ryateguwe n’Abarundi baba mu makungu (Diaspora burundaise), aho bipfuza kuronka ururirimbo rwiza ruhayagiza neza igihugu c’Uburundi, ruhamagarira kandi Abarundi bose iyo bava bakagera gukunda igihugu cabibarutse, na cane cane ababa mu mahanga kukivuga neza aho baherereye, kutacibagira no kukizanamwo imitahe bakagira nabo nyene uruhara mw’iterambere ryaco. Ururirimbo « Burundi bwacu gahugu keza » nirwo rwatahukanye ikibanza ca mbere, ruhabwa agashimwe k’ibahasha y’amafaranga y’amarundi umuriyoni umwe, ari nayo azokwongerezwa ku yandi ahasanzwe, azokoreshwa muri uku kwezi kwa Myandagaro, mu kugura ayo makarata y’ukwivurizako azohabwa imiryango igera ku majana ane y’abatishoboye. Mu buyobozi bwa Fondation FEMIDEJABAT bamenyesha ko ku kirangaminsi c’imfatakibanza c’itangwa ry’ayo makarata y’ukwivurizako, bitegekanijwe ko ivyo bikorwa bizobera mu ntara za Bujumbura benshi bita “Rural”, intara ya Bubanza, intara ya Gitega, hamwe n’intara ya Rumonge. Ubuyobozi bwa Fondation FEMIDEJABAT burasigura kandi igituma bwahisemwo gutanga ayo makarata y’ukwivurizako ku batishoboye : "Tumaze kubona ko ata terambere rishoboka abanyagihugu badafise amagara meza, kandi ko amagara meza tudashobora kuyaronka mu gihe umuntu wese akitswe n’amagara adashobora kwivuza, FONDATION FEMIDEJABAT yaciye ishiraho umugambi wo gufasha abatishoboye kwivuza, ibicishije mu kubaronsa IKARATA ZO GUSHIGIKIRANA MU KWIVUZA « CAM » arizo Carte d’Assistance Médicale mu kinyamazuru. Mw’ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi, abatishoboye batari bake bo mu ntara za Bubanza, Bujumbura, Gitega na Rumonge bagiye kuronswa CAM guhera muri kuno kwezi kwa Myandagaro ; izindi ntara nazo zikazokurikira mu nyuma. » Fondation FEMIDEJABAT ivuga ko kugira bashikire abatishoboye benshi, zimwe muri izo karata zizotangwa ku mirwa mikuru y’intara canke y’amakomine, izindi nazo mu mitumba. Umuririmvyi NSENGIYUMVA MINANI Félicien « FEMI DE J’ABAT », ari nawe yakoze ururirimbo « Burundi bwacu gahugu keza » rwatahukanye ako gashimwe avuga ahanini icatumye iyo bahasha irungikwa mu batishoboye, ari urukundo rwifuriza abandi kubaho neza  rumurimwo mu mutima rwabimuteye. « Birampimbara cane iyo Imana inshoboje nkagira ico nanje mariye abandi na cane cane abafise amikoro make nubwo naje ata mikoro menshi mfise. Imigisha Imana impa nama ndayisaba kungira umukenke kugira ndayisabikanye n’abandi abonzi n’abo ntazi. Kugira iyo migisha nanje inshikeko Imana ica ku bantu batandukanye, abo nabo nkaba ndabashimira nanje bimwe bivuye ku mutima. » FEMI DE J’ABAT arafise n’ubutumwa aha abandi baririmvyi, hamwe n’abandi bose bafise ico bofasha abatishoboye : « Kuri iyi si nta n’umwe yishoboye wenyene umuntu agirwa n’abandi. Uwugize amahirwe akagira ico aronse yovungurirako abandi vyifashe nabi. Nkumbure nawe vyoshika ejo canke hirya y’ejo akaburanirwa ugasanga abandi baramufashije kuko burya gukorera abandi ineza umuntu aba ariko arayikorera. Hari Ijambo ry’Imana rivuga riti : "Uwufashije abagowe aba aguranye Imana ", aba aziganije neza. Hako umuntu ayatwara kuyaziganya muri Banki mu gihe iruhande yiwe hari umurwayi ashobora gupfa kubera kubura umuti canke utwo afungura, jewe ubutumwa notanga nuko abo bishobokera boziganya ubutunzi bwabo mu gufasha abagowe, abari mu ngorane kandi Imana iba yarabibahaye iba iriko yibonera ingene bari gukoresha neza ivyo yabahaye ntankeka ica ibongera n’ibindi vyinshi kugira babe umugisha kuri benshi. » Uwo aserukira imbere y’amategeko FONDATION FEMIDEJABAT yibutsa abaguma birundariniriza ku neza yabo bonyene ko ata nkeka iherezo yavyo biribwa n’abandi harimwo n’abo bimye .
 Japhet Legentil:”Akari mu mpene niko kari no mu ntama”
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ejo ku wa kabiri ku musi hugururwa indwi yahariwe abarundi baba  mu mahanga,Japhet Legentil yavuze ko akari mu mpene ariko kari no mu ntama kandi imirwi itumva kimwe ivyiyumviro uyisanga hose,kubwiwe ikiza imbere aruko aho zina murundi  ari yokorera igihugu camwibarutse kuko intererano yabo ari ntangere. Japhet Legentil yasavye abarundi baba mu mahanga batashoboye gushika mu Burundi muriyi ndwi yabahariwe kuza kugendera igihugu cabo.
 Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yuguruye indwi yahariwe abarundi baba mu makungu
Ibikorwa vyo kugurura iyo ndwi yahariwe abarundi vyatangujwe n’ inyigisho zo gukundisha igihugu zatanzwe n’umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA  kurabo barundi baba mu makungu. Murivyo birori ,umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yambitswe n’abo barundi baba mu makungu umudari wo kumushimira ku gikorwa co kugarukana amahoro mu Burundi. Indwi yahariwe abarundi baba mu makungu izosozerwa kw’igenekerezo rya 27 Mukakaro 2018 ikaba yatunganijwe ku civugo kivuga giti « Intererano y’abarundi baba mu makungu mw’iterambere »
 Ireresi ivuga ibikorwa vya « Sindumuja » igiye gusohoka
Iyo reresi izosohoka kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2017, umunsi hazoha haheze imyaka ibiri habaye ukugerageza gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Muri iyo reresi, habonekamwo abaharanira agateka ka zina muntu, abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, hamwe n’abanyeporitike. Bose bakaba ari abarwanije ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Abo bavuga muri iyo rerei Maragarita BARANKITSE, Pacifique NININAHAZWE, Alexis SINDUHIJE, n’abandi  Agace gato kayo
 Petero Karaveri yashimiwe mu baharanira agateka ka zina muntu muri EAC
Petero Karaveri Mbonimpa asanzwe arongoye ishirahamwe ryitaho agateka ka zina muntu n’akabanyororo APRODH niwe yaronkejwe agashimwe k’abaharanira agateka ka zina muntu muri Afrika y’Ubuseruko (Pan-African Human Rights Defenders schield Award 2015) Ako gashimwe uyo mutama w’imyaka 66 aharanira agateka ka zina muntu n’akabanyororo mu Burundi yaronse, kakaba katangiwe mu gihugu c’Ubuganda ku murwa mukuru wa Kampala. Petero Karaveri Mbonimpa akaba yaserukiwe n’umunyamabanga nshingwabikorwa wa APRODH Fabiyano Sinankwakure ari kumwe n’umwe mu bana biwe asanzwe yahungiye muri ico gihugu, Amandine Nasasagare. Ibirori vyitabwe n’abantu isinzi barimwo abaharanira agateka ka zina muntu muri Afrika y’Ubuseruko, abo mu bice bindi vyo ku mugabane wa Afrika, eka na Buraya. Tukabamenyesha ko ako gashimwe, Petero Karaveri Mbonimpa akaronkejwe mu gihe ariko avurirwa mu bitaro bimwe vyo mu gihugu c’Ububirigi, inyuma y’aho ahatswe kugandagurwa arashwe kw’itama mu Carama ariko arataha i muhira iwe. Iyo ariko aravurirwa, akaba yemeza ko, niyatora mitende azoca agaruka mu Burundi kubandanya igikorwa yishinze co guharanira agateka ka zina muntu n’akabanyororo.
 Abarundi baba mu mahanga bibutse abagandaguwe mu kiringo ca gatatu
Abarundi baba mu mahanga baragize imyiyerekano kuri uwu wa mbere, imbere y’inyubakwa ya Maison Blanche muri Reta zunze ubumwe z’Amerika i Washington‬. Iyo myiyerekano yakozwe mu ntumbere yo kwibuka abarundi bagandaguwe mu kiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA Amwe mu mazina y’abagandaguwe
 Umukuru w’inama nshingamateka ahejeje kwemeza ko yahungiye i Bruxelles
Inyuma yaho hari urukurukuru rwemeza ko Umukuru w’inama nshingamateka yoba yarahunze , Piyo Ntavyohanyuma ahejeje kwemeza ko yahungiye i Bruxelles abicishije kumboneshakure FRANCE24 Mukiganiro yatanze yasavye ko amatora yokwegezwa inyuma
 Belgique: Abarundi basabwa kw’itaba imyiyerekano kw’igenekerezo rya 1 Mukakaro
Abarundi baba mu gihugu c’Ububirigi no mu bihugu bihegereye,bahamagarirwa kwitaba imyiyerekano itegekanijwe kuba kuwa gatatu igenekerezo rya 1 Mukakaro,mu gihe Uburundi buzoba buhimbaza imyaka 53 iheze buronse intahe yo kwikukira. Mw’itangazo ry’umurwi w’ubumwe kandi wishinze gukurikiranira hafi indayane ziri mu Burundi,umenyesha ko inyuma y’imyaka 53 Uburundi bwikukiye,abarundi baba mu Bubirigi badashobora guhimbaza uwo munsi,mu gihe kuva kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza,hari abarundi bama bapfa bahitanywe n’ibirwanisho vy’abategetsi,kandi aribo bategerezwa kubakingira. Iryo tangazo rimenyesha ko,hakiri abarundi bahunga igihugu ku bwinshi,kubera ihohoterwa rikorwa n’ubutegetsi,bagasaba ko bose bovira hasi rimwe bakiyamiriza iterabwoba n’ubwicanyi buriko buraba. Iryo tangazo risaba abakingira ubwigenge,urwaruka bose ko bokwitaba iyo myiyerekano bibuka intwari zitavye Imana,barondera amahoro,bakingira agateka,no gutsimbataza ubumwe bw’Uburundi. Iyo myiyerekano izotangura igihe c’isaha zitanu mu kibanza Metro Schuman,gushika ku buserukizi bw’Uburundi aho mu Bubirigi.
 Nkurunziza yasabiye imiryango yabuze ababo mu gitero c’abarwanyi b’umurwi Al Shabaab
Inyuma y’igitero c’abarwanyi b’umurwi w’intagondwa z’abaislamu wa Al Shabaab ku kirindiro c’abasirikare b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika,mu bumanuko bw’igihugu ca Somaliya cahitanye abashika 30. Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza yahojeje ababuze ababo abicishije kumuhora FACEBOOK.
 Allemagne:Abarundi batumirira kwitaba imyiyerekano yo kuwa 20 Ruheshi
Abarundi baba mu gihugu c’Ubudagi,bari kumwe n’Umurwi yo gushigikirana no gukurikirana ikibazo c’Uburundi,bahamagarira abarundi baba mu budagi kwitaba imyiyerekano itegekanijwe mu Budagi kuwa gatandatu,igenekerezo rya 20 Ruheshi,2015. Nk’uko biri mw’itangazo dukesha ikinyamakuru Bujanews, iyo myiyerekano bayitunganije, mu ntumbero yo kwerekana ko badashigikiye ukwitoza k’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kudakurikije amategeko. Iryo tangazo rivuga kandi ko iyo myiyerekano yatunganijwe mu ntumbero yo kwiyamiriza ubwicanyi bukorerwa abagira imyiyerekano ata kirwanisho bafise,ihonyangwa ry’itegeko nyamukuru ry’igihugu ririko rikorwa n’umukuru w’igihugu,hamwe no gusaba igihugu c’Ubudagi ko covuga ku mugaragaro ko kidashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu. Iyo myiyerekano izotangura isaha zitandatu z’umuhingamo,mu kibanza Bleslauer mu gisagara ca Cologne,ihere isaha icenda.
Iryo tangazo ryibutsa abazokwitaba imyiyerekano bose kwitwaza ifirimbi,yo kuvuza mu ntumbero ko urukino rurangiye.
Imvyino mu Burundi: umuco ndangakaranga usa n’uwuriko uratituka
Aho hambere, abantu bakoresha imvyino mu guserura akari ku mutima, kakumvikanira mu gahogo, kakisesa no ku rurimi kakiyerekanira mu migere no mu mihamirizo abari aho na bo bakabagumiriza kuko kenshi imvyino zajana n’intambo. Hari rero imvyino zitambwa n’izindi zo kwumviriza abari aho bakinovora ibiriko birashikirizwa. Bavyina ryari? Twagirayezu Rose umuremeshakiyago mu kigo Cebulac avuga ko kenshi na kenshi aho hambere bavyina mu bikorwa. Ivyo na vyo bikaba ari nko mu gihe baba bariko barahinda ikibiri, basekura, bavugira igisabo, urusyo, mu kwegeka inzuki, kujisha n’ukwahira. Izo mvyino zaraheza zigafasha guserura ikiri ku mutima, haba mu gucura intimba, uguhaya umukunzi, uguhanura, ukurinjora, uguhemana canke bakihaya ubutwari bakagira ivyo banegura n’ivyo basaba. Hari n’abavyina baranga umugeni, mu kuresha no mu kubenga. Umukobwa yarashobora kukuririmbira wewe nyene ugataha wumvise ko ijambo wabajije ryanswe. Ni nk’uko yanashobora kuvyina yakubengutse akubwira ati aho nyene aho nyene ‘’ni ho narondera’’. Waca umenya yuko ijambo ryakunzwe. Baraheza bakanavyina mu kujana umugeni, mu kugaya umugeni bakamuhera ku mutwe gushika ku maguru bagaya canke bakamushima ngo ni juru rya kurwa, asa n’irirenga, nzobe y’ikimonge, … Twagirayezu Rose avuga kandi ko bashobora gukoresha imvyino mu kugaya canke gushima urwarwa hamwe no mu guhoza umwana. Baravyina mu migirwa y’ikirundi, nko gukeza umuvyeyi, kuramukanya, akazehe, kuvyinira amahasa, ku muganuro no guterekera. No mu kubandirwa kiranga, haraba imvyino kuko kwari nko gusenga kw’ubu kuko barasaba gukingirwa akabi canke bagasaba uruvyaro, canke bakaja kubandwa bashima canke bongeza ku vyo bari barasavye. Baravyina kandi bateramye, bakavuza inanga,imyironge n’ikembe. Uguserura iciyumviro biciye mu kuvyina bifasha iki? Uyo muremeshakiyago akaba n’umukinyi w’ivyese azwi cane kw’izina rya Mafoza mu gikino c’abarengero n’abaseruko, avuga ko mu mvyino batapfa kuvyina gusa. Agira ati: «Mu ndero y’ikirundi kirazira kuvuga ududurirako. N’iyo umuntu ariko aravyina rero arakikiriza mbere agacisha no mu migani. Ubicishije mu gahogo rero, warashobora kuvuga ico ushaka kandi ico wavuze mu ruvyino nticaheza ngo kibabaze umuntu nk’uko wokimubwira amaso mu yandi. Kuko nk’ubu ubwiye umuntu ngo asa n’inkono iteka, amaso mu yandi hari naho mwoca mushira mu migere. Ariko iyo ari uruvyino hari naho uwo uriko uratuka aca agufasha no kwitabiriza». Mu bisanzwe, mu ruvyino uravuga, uwuriko arabwirwa akiyumva. Ni na ho hava ivyo kwishura. Impanuro zigashikira uwo ziraba zigashikira n’abandi. Umukobwa na inasenge barashobora kuyaga mu ruvyino amabanga yose yo murugo akamubwira ingene vyagenze kuva umunsi agenda, ingene vyamubereye, bakavyina bakumvikana kandi akamwishura abari aho ntibatahure na kimwe kiretse abamaze gukura b’inararibonye.  Ngo izo mvyino zarafasha no mu ndero Twagirayezu Rose avuga ko aho hambere abakuze bateramiye kuri izo mvyino, abakiri bato barumviriza mbere bakabagumiriza bakaboneraho gukurana uwo mugenzo mwiza. Ariko urwaruka rw’ubu, ngo ntirukironka indero yo ku ziko canecane ivyerekeye imico n’akaranga. Urw’ubu ngo ni ba njana n’abaja. Bajana n’ibiharawe, bihutira kwigana imico yo hanze, ivy’ino bakabona umengo ntibifise akamaro. Imico n’imvyino z’ikirundi biriko biribagiranwa. Rero, ngo ni vyiza gucisha ibiyago mu mvyino kuko urakebura utababaje,urakanda udatonetse,urabwira uwawe mw’ibanga, uraremurura uwuremerewe, urateramisha abandi, uramenya utw’irya n’ino mu biyago, uramenya kahise k’igihugu cawe uranabona impano canke ingabirano z’abo muri kumwe. Imvyino ziraryosha urubanza, zirakabura abafise imitima yacuramye, zitwibutsa iwacu n’umutima wo kuhakunda, zigisha ubuntu, ubushingantahe, zigisha kugumya ibanga, zirakura intuntu ku mutima zikomeza urukundo mu bateramyi. Twagirayezu Rose rero, yaravyinye muri «Ballet National», yaranaserukiye kenshi Uburundi mu makungu mu bijanye no kumenyekanisha akaranga k’igihugu kandi n’imvyino zose bakoresha barazegeranirije hamwe mu gitabu citwa «Agahogo k’abarundi».
« Nk’ubu umurisho woherekeza nk’ibikorwa vya Primusic ntivyoryoha gusumba » ?
Mu ntumbero yo guteza imbere, kumenyekanisha no guhesha agaciro ingoma z’Uburundi nk’uko biri mu mahangiro ryihaye, ishirahamwe « Focus on Culture Life », ryaratunganije igikorwa ryise : « Umurisho w ‘iwacu event » kuva ku wa 13 gushika ku wa 20 Ntwarante 2020 muri IFB, ikigo c’abafaransa i Bujumbura. Imigwi y’abavuza ingoma
baserukiye abandi cokimwe n’abigeme bazitamba bose hamwe bava mu ntara 5(Mairie
ya Bujumbura, Bujumbura, Gitega, Cibitoke na Muramvya) ni bo bakoraniye muri
ico gikorwa. Nk’uko bishikirizwa na Aloys Mashanya aserukira imbere y’amategeko
ishirahamwe « Focus on Culture Life (FCL) », aho bazoba bari mu
bikorwa bidasanzwe, harimwo n’ukwungurana ivyiyumviro vy’ingene ingoma
y’Uburundi yorushiriza kugira akanovera. Hugues Nimpagaritse, umworoshabikorwa mu mugwi Akayazwe, amenyesha ko imigwi idahengeshanya na ntaryo guhana impanuro imbere canke inyuma y’integuro zo kuvuza no gutamba ingoma. Naho biri uko ngo muri iryo koraniro hari inyigisho mu ntumbero yo kuzitira bataronerwa kuko ari nka hamwe hozokwaduka inyifato itabereye itobura gutosekaza umurisho w’ingoma kandi wari uwo guhesha iteka abazivuza ndetse n’igihugu. Ingoma zifise ububasha
budasanzwe Kubwa Mashanya, ingoma
y’Uburundi iri mu bintu vya mbere ndangakaranga bifise ububasha bwo gukwega n’ukwegeraniriza
hamwe abantu benshi bashoboka ubutumwa bugakurikira. Agira ati : « Hamwe
umugwi w’abavuza ingoma wabaye uwa mbere woza uraherekeza nka Primusic,
Isanganiro Award, … ubwo ntivyohimbara gose abanyagihugu » ? Ibigiye
gukurikiranirwa hafi n’abo vyega maze bikazoshirwa ahabona munyuma. Tubamenyeshe ko umugwi w’akaranga wo muri Mairie ya Bujumbura uzwi kw’izina ry’Akayazwe ari wo washoboye gutahukana intsinzi mu mahiganwa y’abavuza ingoma yabaye mu mpera y’umwaka wa 2019 kandi ari na wo uzoteramisha ku wa 20 Ntwarante 2020, mu nyubakwa y’amakoraniro yitiriwe Paul II iri muri komine Muha.
Gukwa mu Burundi: karashize ingani twice umuco ngo ni ibirori?
Mu Burundi, umuco wo gukwa umugeni wamyeho kandi ibirori vy’urwo rubanza vyaba bifise uko bitunganijwe bihuye n’akaranga k’abarundi.  Ariko aho bigeze ubu, abategura izo manza bashaka kuryosha ibirori bisunze ibibera hanze bakibagira umuco barazwe n’abasokuru. «Uwutaye
akaranga aba ataye ibanga» abo ni ba sokuru babivuga, Ernest
Nahimana yize ivy’imico n’akaranga nyafrika yongera ko ati:  «Sinzi
ko urwaruka rubikora rubizi canke ari ukutamenya mugabo ni vyinshi bakora
bititura umuco». Tutabeshanye
ibihe birahinduka bigatuma havuka ubundi buryo bwo gutunganya imanza ku mvo z’uburyo
umwanya, canke ibigezweho ariko hari n’utuntu dutoto dufise insiguro ikomeye mu
muco w’ikirundi ataco vyotwara  twubahirijwe. Aho itituka rihagaze Urubanza rw’ugukwa ruratanguye, umuryango uje gusaba urashitse utasavye n’irembo, ukumva ingoma ngo dundurindunduri, imvyino n’intambo bagashirako, Ernest Nahimana akibaza ati: «Mbe wovugiriza imirisho uwo utazi hama usubire umubaze ikimugenza? Ni nko kwivuguruza kuko ntuba uzi ikimuzanye ko ari amahoro gusa womuha ikaze n’akavyino kavuga amakenga ufise bikunze ukagatera hama mugaheza mukayaga». Uretse ivyo hari naho bicarika abashitsi hatuma wibaza ibibazo vyinshi kuko n’intebe y’umuhungu aje gukwa ishirwa ahateretse uruhimbi, igisabo ngico, ivyakunze mu gushariza ikibanza ngo ni wo muco ariko mu bisanzwe ivyo ntaho vyakabonetse kuko ni nkogushikiza umukwe mu nzu kandi ivyo ari ibidakorwa. Ernest abandanya agira ati: «Hari n’ibindi vyiharajwe umukobwa agahonga umuhungu ku munsi wo gukwa, utuganuke akamuha amasaha, ibirato akamukura akamwambika agahebuza rero, ni uko aca amuha n’icumu n’inkizo tuzi neza ko icumu umuhungu arihabwa n’umuryango ata wundi vyagenewe, noneho umukobwa arahongwa ntahonga». Ariko hari n’igihe inyuma yo guha agashimwe uwimirije kuba umugabo wiwe asubira akagaha sebukwe canke inabukwe. Ivyo bigasa nk’ukwikundwakaza kuko agashimwe gahabwa nyina w’umwigeme, se w’umuhungu yaza nk’umusavyi ntakaganuke yaba akeneye na gato.   Ikosa none rigaruka kwa nde? Yaba abakuze canke urwaruka, bose batanako amakosa. Nanette Inamahoro ni umwigeme akiri muto akora ivya décor muri Village Market. N’ugutangara kwinshi agira ati:  « N’iryambere numvise ko gushira uruhimbi mu vyo nkora bidahuye n’umuco ariko ahubwo jewe narinzi ko mba ndiko ndawugarukira kuko mba nshaka ko bicara ahatunganije neza».  Antoinette Nahimana ni umupfasoni asa n’uwukuze yimirije imyaka 66 we ngo ikosa ni iry’urwaruka rwirukira ivyo rubonye vyose kuko ku gihe cabo bagerageza gusubiramwo uko bashoboye ingene babikora  kera. Na yo Cybelle Kaneza, umwana yakuriye aha mu gisagara we nta kibazo na kimwe bimuteye n’agatwengo kenshi ati: «Les choses changent, dutegerezwa gutera imbere ivyo abakuze babimenye».  Leila Mutoni
wewe asanzwe yikundira imvyino z’ikirundi agira ati:  « N’ubundi
twagerageza, kuki abadukurira batatuvunira akagohe? Turabikora baraba
bakihorera bigateba bikamenyerwa kuburyo n’abana bakura babibona uko».  Nanette kubera ko atari azi ko ivyo akora aba ariko arica umuco asaba abajejwe ivyo kubungabunga umuco kwikebuka bakavyigisha kuko uburyo bwo kwigisha bwaragwiriye. Bakoresheje nk’ubuhinga ngurukanabumenyi mu mwanya muto vyoba vyumviswe n’urwaruka kuko ariho rusamarira.  Inkuru yatororokanijwe na Kathia Gretta Iradukunda, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.
Komezukwemera Denis
28 janvier 2020 at 12 h 46 min											 Emwe! Uravye Ivyubu, Ni Akaroruhore! Hagera Kumajamboho, Ukaza Wumva Ngo: « singomba Kubicisha Amajambo Ubwonyene Akaba Araduduriyeko Icagenza Umushitsi » Ahubwo Bodufashije Abahinga Babinonosoye Bagakomeza Ibiganiro Kuvyerekeye Imico Ndangaburundi!
Ingene imyambaro mu Burundi yagiye irahindagurika
Mu Burundi, imyambaro y’abigeme n’abakenyezi yagiye irahindagurika bivanye n’iterambere igihugu kiba kigezemwo. Muri ino nkuru turabereka inyambaro zagiye ziraranga ibihe bikurubikuru vy’Uburundi. Dufatiye ku vyo Yohani Gahama yanditse mu gitabu ciwe citwa ‘’Les vêtements en ficus au Burundi ancien’’ (Impuzu z’ibiti mu Burundi bwa
kera) atubwira ko umugore yambara umukenyero n’umutamana munini washobora
n’ugufuka umwana ahetse. Yarambara urutezo iyo avyaye. Mu gushaza yambara
ubudede n’ubuyeye mw’izosi, imiringa ku maboko na yo ku maguru yambara
inyerere. Umugore afise umugabo yifise yagira imyambaro ibiri: impuzu
z’inkoranwa n’impuzu z’inkesha zambarwa ku minsi mikuru. Abakenyezi bahumuye
bari bafise gushaza kwabo bisangije aho bambara inyerere nyinshi ku maguru,
bakambara n’impuzu y’ubuyonga n’iyindi mpuzu y’ibidorodomvyi hejuru ya vyose.  Abana b’abakobwa bakiri bato bambara ibikwemu bakenyerera haruguru
y’igikiriza na yo abana bataragera mu bigero bagenda amenya, bakambara gusa
utuntu mw’izosi two gushaza nk’utudede, uduhete n’uduheko. Aho hari ku ntwaro
ya cami, imbere y’uko abazungu baza. Ni ho abarundi bambara impuzu z’ibiti.
Abazungu bamaze kuza, ni ho baca basubiriza impuzu z’ibiti n’impuzu zihinguwe
mw’ipampa (1900-1970). Inyuma y’intwaro ya cami
ho bambara gute? Jacqueline Ndayisaba, uwahoze ari umunyeshure wo muri kaminuza y’Uburundi
yarakoze amatohoza ku bijanye n’inyambaro. Tuvuze ubu, duhera mu 1970 gushika
uno munsi aho inyambaro yagiye irahindagurika bikabije.  Muri iyo myambaro harimwo kibarananyovu:
Ni impuzu zigizwe n’imvutano n’umutamana bidasa. Dufatiye ku nsiguro y’ayo
majambo ikibara n’inyovu, umugore
azambaye yaba ashatse kwerekana yuko afise aho arima n’aho aragira ibitungwa.  Mu 1987, impuzu y’abagore yari iharawe yari ngarukiragihugu (kuko
yahuriranye n’umuzo wa repuburika ya gatatu, aho mu gihugu havugwa Inama
ngarukiragihugu). Iyo mpuzu yarera imbere, inyuma na ho ikagira umubiri
ukakaraye, unyagara nk’akamwanya uyikozeko.  N’imbere yuko haza ivyo kwambara amakanzu yera ku bugeni, abageni
Bambara ico bita kibuga canke ishiti: zikaba zari imvutano zera
derere, abandi na bo bazita kibuga ca Bagaza kuko zasohotse ku ntwaro ya
Bagaza. Nya mvutano bakunda kuzambarana n’udupira bita muhagatébe. Abagore bo mu kinjana ca mirongo ibiri na rimwe
bashaza gute? Umuntu agiye arihweza
mu manza zitandukanye, turabona yuko imideri yagiye irajana n’ibihe, aho mbere
no mu manza z’impfu usanga umugore canke umukobwa yambaye ipantaro. Nayo
inyambaro ya Ngazingazi ni yo yashoboye kugumaho kuva 1970, nayo ikaba ari
uburyo bwo kwambara  ibitenge bibiri
ubisumbanije, kimwe kikaba kirekire ikindi kikaba kigufi, kikagarukira hepfo
gato y’ikibuno. Naho biri uko ntibibuza ko iyo mpinduka ifatiye ku kuntu umuntu yambara iguma itera imbere ariko yisunga imideri ya kera.  Inkuru yatororokanijwe na Peace Sekamwese, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.
« Ijambo ryubaka »: igitabu gishasha ca Zénon Manirakiza kiri mwo imigani 7 n’imyibutsa 300 mishasha
Mu ntumbero yo guterera ivyiyumviro vyo kugarukira ururimi rw’ikirundi no gukomeza imico n’akaranga, Manirakiza Zénon yasohoye kuri uwu wa 15 munyonyo 2019 mu nyubakwa y’icapuriro ry’ibitabu « Presse Lavigerie » igitabu ciwe gishasha yise « Ijambo ryubaka » mu rugamba rwo gukomeza imico n’akaranga vy’ i Burundi biciye mu migani n’imyibutsa ». Si ibintu
bimenyerewe ko abantu biyumvira bagata ko bagashira ahabona inyandiko zinoboye
z’ikirundi c’akanovera kirunze amajambo atavanzwe n’ikinofunofu. Ni gake umuntu
yize n’aho yoba atahejeje ishure yovuga canke yokwandika ikirundi kirunzwe
amayagwa ayaga ico abarundi bagona adasobetse mwo izindi ndimi no mu gihe yoba
ariko avugana n’uwuzi ikirundi gusa. Eka mbere n’abarundi bita incabwenge, iyo
bakoresha inama canke baremesha ibiganiro babigira mu kinofunofu no mu gihe ata
mubeya (umwera) n’umwe abirobetse mwo. Utwo twigoro
twogushaka gusobeka ikinofunofu mu biyago canke mu nyandiko z’ikirundi kandi
abarundi benshi batanazi izo ndimi mva mahanga, bagahindura ururimi bonse
bakarugira urudatahurwa na bene rwo, ni vyo vyatumye Manirakiza Zénon abona ko
hari agahaze koba gasa no kwica umwano, ukwikuririza canke ubwishime. Kubw’ivyo
yafashe ingingo yo kugarukira ururimi rw’ikirundi rwo karanga karanga abarundi,
rukaba ingabire abarundi basangiye mbere rukaba umuhivu ubungira ubumwe
abicishije mu gitabu yanditse: « Ijambo ryubaka ».  Manirakiza
Zénon agira ati: « Turakwiye guhurumbira kumenyera kuvuga no
kwandika mu Kirundi, tukagikunda mbere tukagikundisha n’abandi bose hari mwo
n’abanyamahanga. Ivyo tuzobishobora nitwagira inyota yo gukingira ururimi rwacu
kurusha uko bimeze ubu kandi tukanagira n’umutima wo kwandika muri co. » Gukomeza imico n’akaranga
biciye mu migani n’imyibutsa Nkuko
uwo mushingantahe akaba n’umuhinga mu kirundi abivuga, ngo umurundi ataye
akaranga yohava yiyama uwumwita izina yatoranye maze agahurumbira kwitaba
amatazirano atamuha iteka n’agaciro. Igikwiye ni ugushingira ku karanga mu
ntumbero yo gushigikira no gushikira iterambere runtu.  Mu gitabu ciwe rero ntiyibagiye imigani
n’imyibutsa yo yakoreshwa aho hambere mu gutoza indero yo ku ziko urwaruka. Ku
bijanye n’imigani, Zénon Manirakiza agira ati: « Mu migani tuhavoma ubwitonzi. Ni ho dukura
imigenzo myiza y’ubuntu. Iyo na yo ikabonekera mu kwubaha, ubupfasoni, ukuba
intungane, uguharanira amahoro n’ukwumira kw’ibanga. Imigani idusigaranira
ivyigwa bihinduka ingingo ngenderwako twese duhurira ko. Na yo imyibutsa,
ikurira inkoni ku gishitsi uwufise amadidane n’uwizera ibitazoza, kandi ifise
akanovera katagira ingero.  Ivugwa mu
majambo make igaca inyura ubwenge muri uwo mwanya nyene. »  Uwo
muhinga rero akavuga ko imyibutsa ikoresha imvugo ngereranyo na nkikiro,
yerekeye ubuzima bw’abantu. Ngo n’ubwo biri uko, irakomeretsa uwufise ico
yiyotsa, ico gikomere kikamubera intandaro yo guhinduka, akiyubara akigeze ku
mugerageza no kumugeza kure, akirinda kwijajara no kwigereza ko. Nayo
Bukuru Dénis asanzwe nawe nyene ari umuhinga mu Kirundi, inyuma yo gusoma ico gitabu
kigizwe n’impapuro 215, mbere kw’isoko kigurwa 30 000 mu mafaranga y’amarundi,
yavuze ko gisohotse hageze. Agira ati : « Ni igitabu ciza canditswe mu Kirundi kinyura
amatwi ». Akaba yaciye anasaba umwanditsi w’ico
gitabu kwandika no kugwiza ibindi bitabu vyinshi mu kirundi. Eka mbere n’abagiye barafata ijambo bavuga ku vyerekeye
ico gitabu, nka bose bagiye barashikiriza iciyumviro c’uko cokwiragizwa mu
mashure no mu nyubakwa zisomerwa mwo ibitabu kugira abanyeshure n’abigisha
b’ikirundi hamwe n’ab’ivyigwa vyo gukundisha igihugu bacikore ko. Mwomenya rero ko umushingantahe Manirakiza Zénon asanzwe aranguririra imirimo inzego n’amashirahamwe. Rero ngo ashashaye gukomeza umubano mwiza mu bantu kandi ngo arondera ko amahoro n’iterambere runtu vyomurikirwa n’imico n’akaranga karanga abarundi.
Izere
29 février 2020 at 14 h 03 min											 mwaramutse neza? uwugikeneye yokironka gute?
Cheri NIBARUTA
21 avril 2020 at 14 h 23 min											 Amahoro cane,ndakeje Mr Zenon kukigoro yagize ko gutunganya neza iyo myibutsa.
None umuntu yoyironka gute?
« En 2019, R-Flow yoba atazi ico bita droit d’auteur ? »
Mugihe video y’umusaraba w’urukundo iriko irabica bigacika kuma réseaux sociaux, umuryango wa Jean Berchmans Hakizimana, yanditse yongera aririmba iyo ndirimbo usaba ko yohagarikwa kuvuzwa kuko R-Flow atigeze ayibasaba. Ivyo wabimenyesheje muri communiqué de presse yasohotse ce 28 octobre. Rero R-Flow yagize ico yishura kuvyo yagirijwe. « Ntakintu kiryana mu mutima nk’igihe ubona umuntu yihagira ikintu cawe nkuko ku nguvu. Jewe s’amahera ndiko ndarondera, ariko ndiko ngwanira agateka k’umuryango wanje ». Ayo majambo agaragaramwo agashavu naya Consolate Sibomana, umuvyeyi w’abana 2 basizwe na Jean Berchmans Hakizimana. « Ikinatuntuza gusumba, banazisubiramwo nabi. Erega indirimbo yose ifise igituma yanditswe. Iyo bayisubiyemwo batavuganye na beneyo, usanga bakuyemwo l’essence même de la chanson. Nyeneyo ntasubira kuyiyumvamwo kuko atayibonamwo »,  Arlène Mireille, la benjamine de la famille qui complète sa mère. Iyo ngingo kandi igaruka igafata Big Fizzo na Vivi Muyomba kubw’indirimbo kw’iriba ry’urukundo. Uti aba nabo bajemwo gute ? Fizzo na Vivi nabone bagize nka R.Flow. « Bakiyisohora, twarabitwariye muri Amical des musiciens, turangiza twumvikanye n’uwayitwara, umuhisi Bruno Simbavimbere ko indirimbo igiye guhagarikwa kuvuzwa ku maradiyo yose. Vyarakozwe imisi mikeya ariko yaciye iguma ibandanya ivuzwa. » Uwo niwa mu mama abandanya atuyagira. Umukobwa wiwe nawe akabandanya agira ati: « Twe nta mananiza dusaba, nibaze badusabe izo ndirimbo, natwe tuzibahe mu burwaneza ». None kubera iki ikibazo kivyutse haheze umwaka indirimbo yarasohotse ? « La goutte d’eau qui a fait déborder le vase yabaye vidéo. Agisohora audio, twibajije tuti ngira yaratubuze aracaturondera. Ariko tubonye aciye ashirako na clip, twavuzi tuti trop c’est trop » Abaririmvyi bobo bavyakira gute ? R-Flow ntiyahakanye ivyo yagirijwe n’umuryango ariko arahakana ikosa ry’uko yayihagiye «  Jewe indirimbo narayisavye muri Amicale des Musiciens. Feu Bruno Simbavimbere yambwiye ivyo ndiha  d’une valeur de 100.000 fbu. Narabirishe, j’ai une facture signé par le président de l’Amicale des Musiciens. » Ikibazo umuntu aca yibaza ni: mbega Amicale des Musiciens irashobora gutanga indirimbo y’umuntu itamubajije? Kwizera Freddy  « Botchum » ati: « Hariho indirimbo Amicale ishobora kugirako ububasha, Iyari cover hoho, ntaniyo yirirwa asabira uruhusha. Ariko ivya R-Flow ntaco nobivugako kinini kuko ntazi uko vyagenze. ». Fizzo tumwegereye yaratangaye sana. Mu majambo make ati« Ivy’iyo ndirimbo jewe ntavyo nkwiye kujamwo. Nibabaze Vivi Muyomba. Nikimenya menya ntayo usanga kuma accounts yanje ». Vivi nawe ati «  Igihe twayikora ntamategeko ya droit d’auteur yari bwaze, nta Youtube, nta Facebook. Kuva ba Canjo bagiye, nitwe twari twasigaye turavuza ama karaoké. Gusubiramwo indirimbo zabo yari inzira imwe rudende yo gutuma aba bantu bubatse umuziki ndundi batibagiranwa, narirya amajambo adakunze kubavuga. Igihe haje studio ya mbere (Menya Media Studio), Jérémie twararimbana abonye uko yari ikunzwe aca asaba tuyi recordinge ». N’ukugenderako asaba imbabazi: « Nukuri ndasavye imbabazi ku muryango wa Berchmans, ngiye kubarondera tukivuganeko. ».  Muti habuze iki kugira le droit d’auteur
ibe respecté mu burundi ? Mu gihe ayo mategeko yasinywe neza na neza en 2005,  ikibazo umuntu wese yokwibaza n’icabuze kugira inyuma y’imyaka hafi 15 abe atarakurikizwa ? Botchum ati « Tubajije muri OBDA, batubwira ko reta itarabaha uburyo . Twarifatiye ikibazo mu minwe twitura Ministère idutwara none iheruka kutwishura ko caciye muri conseil ministériel kija muri 2ème vice présidence aho notre ministère itwarirwa. Amatwi ansumira, très prochainement tuzokwicarira ico kibazo hama turondere uko umu artiste yotangura gutungwa na talent yiwe. »  Ariko hampande y’ivyo yongerako ati: « Abaririmvyi nka bose barakeneye des séminaires de formation ku cerekeye amategeko ya droit d’auteur. Benshi babona inzatsa »
Ndofrarnaud@yahoo.fr
28 octobre 2019 at 11 h 59 min											 Yooo, Jimbere, KO uriko uratitura ururimi rw’ikirundi? Ico gisomwa canditswe muruhe rurimi? KO muri ijwi rivugira urwaruka, ubwo mwoca mushigikira iyo ngendo barimwo yo gutitura ururimi n’inyandiko y’ikirundi mu kubasasira Mu bisomwa vyanyu? Oya nimube akarorero , ni l’une akarorero Mu kugarukira urwo rurimi mu nyandiko no Mu mvugo.
Tetero yoba yaratetereje abamutoye?
« Sister aliniangusha sans blague » Iyo niyo nyishu Guilain aba mu Kanyosha yishuye abajijwe uko yakiriye indirimbo ya Laurette Tetero, uwatsindiye  Primusic 2019. Aho ni mu gihe uyo murondo amaze iminsi avugisha benshi kandi menshi bivanye n’uko ariko arabana n’ubu star bwiwe. Abenshi bari bakaniye indirimbo yiwe. Ikinyamakuru Jimbere caratemberereye abakunzi n’abahinyanyuzi b’umuziki ndundi kugira cumve uko bayakiriye.  Kuwa 26 nyakanga, nguwo Tetero arayidropinze nk’uko wenyene avyita.  Saa mbili y’ijoro irashitse kuri Youtube. « Mu cité abadafise utu mega  bose , waza wumva ngo ngirira partage uzoba ukoze numve iyo ngoma ya Tetero » , uwo ni uwitwa Kévin. David nawe ati: « Uwo muhuye mucora mwese yagenda arahiga ko ataryama atumvise ico gisasu ».  Aho n’inyuma y’amezi abiri gusa  Laurette atahukanye imiriyoni 25 mu gutsindira Primusic. Mu gihe abakurikiraniye iryo higanwa batari bashize amazinda ku kuntu yaritsindiye bivanye n’uruhara « Team Tetero » yabigizemwo mu kumugirira marketing, indirimbo yiwe niyo yategerezwa kwemeza aba « haters ». Yoba yaremeje ? « Nkimwumva ku ma playback nari niteze iki bombe.» Guilain aguma yijogota  . Ico bamwe nk’uyo bita uguhemukirwa  kiva kukuntu « uyu murondo wo mu Kigobe amaze imisi abica bigacika ku du post twinshi twinshi twazanye polémiques za hatari mu bantu ». Umumenyeshamakuru amenyerewe cane mu muziki na cane cane mu kiganiro Hit Connection kuri Buja FM aragira ico abivugako: «  Indirimbo yiwe kubwanje ntacibaye kweli. Seulement, yaje mu gihe Tetero ubwiwe yariko a créa ama polémiques. Abantu benshi bari bayiteganye igishika kugira bayicritique » Abari mui Team Tetero babajijwe uko indirimbo yakiriwe baravyishimira. Kerry Gladys Ntirampeba ari mu igisata co kumenyesha amakuru muri iyo Team ati : «  Indirimbo yakiriwe neza cane kurusha mbere nuko twari tuvyiteze ». Ariko Elsa, umwe mu bakunzi b ’ umuziki agira ati: «  Ego nivyo aka beat karatesa muga harimwo contre temps nyinshi kabisa ». Mugenziwe Dorine akabandanya ati : « Utu lyrics ni wararaye ariko hagiyemwo instrumental, Tetero ntasubira no kumvikana».  Utubazo n’imihari  mu bakunzi b’umuziki two tuguma ari umurengera. Hari n’abamuhora rero ko yaririmvye mu kinyamazuru. Ami pro wewe arayica umurya ati :  « Zouk ntikiri ku cata. Nk’umuntu asanzwe azi ko music ihurumbirwa cane n’aba jeunes, Tetero yari kubaha akantu kumutse kabibagiza imihari amaze akwega. Hejuru ya style yaba vieux yaririmvyemwo, yaciye anabivyonga mu kuririmba mu rurimi nibaza ko benshi badatahura. Erega aba bajama bacu ngaha hanze indimi sikirenga naho araba toto town ».  Kerry rero yarasiguye igituma irya ndirimbo iri mu gifaransa: « Ururimi rundi woririmbamwo urukundo n’uruhe atari french? Amajambo yarwo atoreka vyihuta kandi araruhura. Ikindi naco twashaka gushikira benshi »  Ngo « abamenyeshamakuru
bagize complot contre Tetero » Mu gihe  uwujejwe kumenyesha amakuru muri Team Tetero, Kerry Gladys Ntirampeba, yishimira uko indirimbo yakiriwe, aravuga ko hariho agahaze ku kuntu iyo ndirimbo iriko iravuzwa ku ma radiyo: « Je ahubwo nibaza ko abamenyeshamakuru bagize urunani rwo kutayivuza peut être kubera ibihitiye. ».  Na Ami pro ntaja kure y’ivyo, akavuga ati :« Iyi ndirimbo yaje mu gihe aba journalistes bari bagifise agashavu bivanye nivyo Tetero  yavuze (Ko agiye gukorana n’ama médias yemewe na CNC kandi ko hageze ivya interview bizosabwa handitswe email). Nubwo jewe ndayivuza kenshi biragaragara ko  itari muri circulation. Promotion y’iradiyo imwe ntaco ivuze. Vyari kuba vyiza Tetero abanje kwisigura ku bamenyeshamakuru ». Muri team Tetero hoho ntibakozwa ico gusaba ikigongwe. Kerry Gladys ati: « On ne regrette pas, donc on n’a pas à s’excuser ». Agenderako abizeza ko mu gihe gito  bagiye kwumva neza agaciro kayo :  « Ntimugire ubwoba mugiye kuyumva sana. Harateguwe media tour, mwe ni muduhe akanya gato gusa » Abahinyanyuzi ntaco
bashimye kubivugako Amir Pro ati «  Ntaco mfise ndayivugako », Bashir Dia nawe « Ntayo ndumviriza » . Kolly the Magic ati:  « Rindira mve mu kazi ndakwishura » Mbo, akazi ngira kahavuye kanka guhera kuko ntiyigeze atwishura.
Sobanukirwa ibiranga ingoma, imwe mu bigize itunga rusangi kw’isi yose
Abantu benshi barakunda umurisho w’ingoma y’Uburundi. Ikivyemeza ni uko mu 2014 yashizwe mu mugwi w’ibigize itunga rusangi kw’isi yose. Ariko burya ngo naho ingoma ikunzwe, bose ntibayitahura kumwe. Ikinyamakuru Jimbere caraganiriye na Oscar Nshimirimana umukuru w’ikigabiro co mu Gishora hamwe na Astère Ndikumana atwara umugwi w’intambo ndangakaranga « Intatana » , baratuyagira ibintu twomenya ku ngoma.  Ndikumana aratanga
insiguro zimwe zimwe ziranga ingoma. Agira ati: « Uvuze ingoma, abantu bumva ibintu vyinshi. Igereranya ubukuru, intwaro
canke inganji. Uzokwumva canke warumvise bavuga ngo ku ngoma ya Mwezi Gisabo (aho
baba bavuze igihe uwo mwami yaganza). Isigura kandi intambo yerekana akaranga
k’abarundi itambwa n’abatimbo. Ikongera ikagereranywa kandi n’umugore (Ngoma
y’ikirwa). Ubwa nyuma, isigura irya sekuro babaza bagakanirako urusato abatimbo
bakubitako imirisho kugira baryoshe ibirori iyo biyereka canke baseruka». Naho umenga zirasa, ntizitiranwa Zirya ngoma abatimbo
bavuza ziri mu migwi y’amazina itatu, nk’uko zidondagurwa na Nshimirimana, hari
izitwa Ibishikizo. Izo ni zimwe zinini zinini cane zisumba izindi zose. Hari
igishikizo ca mbere kizisumba zose, hakaba ica kabiri gutyo gutyo. Zinatondeshwa
hisunzwe uko zikurikirana mu bunini kandi n’abazivuza bakurikirana uko
barushanya inguvu n’ubuhinga. Ibishikizo rero bivuzwako umurisho uwo na wo
ukaba uvuzwa baririmba uturirimbo canke barindiriye uwugire aje guseruka. Ziravuzwako
kandi umuhindo (ni igihe bavuza utuntu bose usanga bahurijeko).  Hakurikira
Amashako, ayo na yo akaba ari ingoma ntonto. Na zo zitonda nk’ibishikizo. Izo
rero uwiga wese kuvuza ni zo atangurirako gushika amenyere. Amashako arakokera
ni ukuvuga ko baguma bazikubita hejuru ahitwa mu kibenga c’ingoma. Ni na zo
zishayura umuvuduko w’amajwi iyo ariko arakwama.  Hanyuma haza Inkiranya.
Iyi yo ni ingoma
itwara izo zindi. Ihagarara
imbere hagati y’ibishikizo n’amashako. Iteye amabara y’ibendera ry’igihugu. Iba
ari nziza isenye neza ikanywe mw’isekuro imeze neza ku buryo iseruka ikarusha
izindi ubwiza. Ubuhinga bwose bubera kuri iyo ngoma, ni yo itera ijwi ni na yo
berekanirako ibimenyetso vy’ivyo bagire bakore. Abaseruka bose bayicako kandi
ni na yo yugara ibirori igihe ziba zikiri ku muheto ni ukuvuga zigitonze ku
murongo uvunye kabiri (demi-cercle) imbere y’uko zisubizwa mu kigabiro (aho
zishingurwa). Zavugirizwa abakuru ku minsi mikuru
y’igihugu ariko ubu… Uwutwara
umugwi w’intambo ndangakaranga « Intatana » avuga ko kubera ingoma yagereranya
intwaro canke ubukuru, ubwa mbere bayivugiriza umwami yibambuye (avyutse) canke
zikamuherekeza mu ngendo zose yagira. Zaravuzwa kandi mu bihe bikomeye
vy’iminsi mikuru y’igihugu, nko ku muganuro, kw’iyimikwa ry’umwami n’ahandi mu
ntumbero yo kuryosha ibirori. Muri iki gihe, na ho ngo zikwiye kuvuzwa mu
birori vy’iminsi mikuru y’igihugu gusa. Ariko kubera hari abahindagura imico,
ha mpande y’ibiringo bikomeye vy’igihugu iranakoreshwa mu buryo butaribwo mu manza
zo kwiryohera nko mu bugeni, mu kuyicisha amafaranga.  Kuki
abagore batemerewe kuvuza ingoma?  Nshimirimana
ati: « Umugore ntavuza ingoma kuko ifise
ibihimba nk’ivy’umukenyezi. Irafise mu Kibenga (harya ku rushato bakubita umurisho,
ahasanzwe hagereranywa n’igihimba c’irondoka c’umugore). Umurisho wo usanishwa n’igihimba
c’irondoka c’umugabo. Irafise kandi urugori, amabere, inda, umubabo hamwe
n’umukondo. Umugore rero ngo ni ingoma y’ikirwa (ikirwa bwari uburiri bw’umwami)
ni ukuvuga rero ko umwami atanguye uruhigi (kurangura amabanga y’abubatse) yaba
arikumwe na ngoma y’ikirwa. Muzokwumva abatimbo baririmba bati Ngoma y’ikirwa
turamuzanye. Baba bavuze umugore. Rero umugore avugirizwa ku kirwa, wewe ntavuza,
ahubwo atera intege uwuvuza. Ni hamwe muzobona gusa bazitambira, kuko aramutse
abikoze yoba yivugije, ivyo na vyo bikaba bitokunda ata murisho afise ». Umukuru
w’ikigabiro co mu Gishora arangiza amenyesha ko ingoma y’Uburundi yamye
yubahirizwa kuva kera na rindi, kanatsinda ni yo yanatumye Uburundi bumenyekana
mu makungu. Ingoma iranga akaranga ka basokuru ntikwiye gucishwa amahera mu
manza z’abifise ahubwo ikwiye gutera iteka iminsi mikuru y’igihugu mbere
n’abaruka ubu bakaziga kugira ngo na bo bazoyihererekane nk’uko ari iragi
ryarazwe umurundi.
Inyigisho 5 zikomeye twakuye mu giteramo gisozera Primusic 2019
Ejo hahise, rya higanwa ryari rimaze amezi atatu rigosora imiyabaga ifise ingabirano kuruta iyindi mu kwikora mu gahogo yararangiye. Umwigeme Laurette Tetero w’imyaka 19 niwe yaritahukanye. Kugira ngo urwo rubanza rufate ikibanza kirukwiye muri rino ci, Brarudi yo isanzwe itunganya Primusic yari yatumiye igihangange mu muziki ku rwego rw’Afrika, Diamond. Uwari kukibuga ca ETS Kamenge yahigiye vyinshi. 5 bikurubikuru ni ibi:  Sat-B asigaye atumira Fariouz kuri stage N’ubwo bavuga ngo « igitugu kirakura ntigisumba izosi », twaraye tubonye ko ibihe biha ibindi. Kuri programme y’igiteramo c’ejo, Big Fizzo yagira uwagatatu mu kuririmba, hagasubira Sat-B, hanyuma hakaza uwufundikira vyose, Diamond. Burya rero, mu batunganya ibirori nk’ivyo, uko umuntu ateba kuza kuririmba ni icerekana igihagararo kinini aba afise. Nimba Brarudi yatanguje Mugani Desire batazira « Fariouz » imbere ya Bizimana Aboubakar Karume ariwe Sat-B, ni uko izi ko amasifa mu rwaruka uno wakabiri ayarusha uwambere. Kandi vyaramubabaje Big Fizzo, yahavuye anabivuga ahejeje kurirmba ati « Bampemukiye »… Erega hamwe biratahuritse: Fizzo yatanguye kuririmba mumyaka y’1997, mu mugwi « Nigga Soul », arabandanya, aca muri vyinshi, gushika aho acika ihangiro ku baririmvyi bose bo mu Burundi bashaka kwitaza mu miziki y’ubwoko bwa « rap » na « r&b ». Ico gihe, Sat-B nta myaka 10 yari bwakwize, kuko we yavutse muri 1989. Uyo musore wo mu Kanyosha yagiye gutangura kumenyekana ashikanye imyaka 20, haheze imyaka 15 Fizzo aririmba. Ico ni ikimenyetso ko ivy’umuziki mu Burundi biriko biratera bihinduka, naho ari ku murindi utihuta. Utujambo hagati y’abakunzi b’ikigo « Bantu Bwoy » ca Fizzo na « Empire avenue » ca Sat-B agiye kwongerekana, bamwe bashaka kwerekana ko bashigikiye uwukomeye kurusha uwundi.
Fizzo yamaze gutangura gukenyurira Sat-B, mu kuzana aga petit gakaze yakuye mw’ibarabara: Kirikou. Ico bikora gusa, ntivyari ibintu bisanzwe kubona Sat-B ahamagara Big Fizzo ati: « Nashaka abakunzi tubaririmbirire Wezere nk’uko mwabidusavye »… Abakunzi ba Diamonds bari baje ari benshi kumushigikira
Pages : 1 2 3 4 5
Related Items:Brarudi, Primusic
Recommended for you

Tetero yoba yaratetereje abamutoye?
Click to comment
Leave a Reply Annuler la réponseVotre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *Commentaire Nom *
Adresse de messagerie *
Site web
Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.
Pages : 1 2 3 4 5
Igiteramo c’indirimbo zo guhimbaza Imana na Dudu, kuri Jardin Public: bizoba biryoshe
Kw’igenekerezo ry’7 Mukakaro 2019, umuririmvyi Théophile Niyukuri azwi kw’izina rya Dudu azoremesha igiteramo arikumwe na bamwe mu baririmvyi rurangiranwa mu ndirimbo zo gutazira Imana ‘Gospel’. Mu gihe iryo sango ryegereje, ikigo ‘Now creative’ gisanzwe gitegura ibiteramo camenyesheje aho bagejeje imyiteguro. Hari haciye imyaka indwi uwo muririmvyi ataremesha ibiteramo ku butaka bw’Uburundi, akaba yabikorera muri Kenya aho asanzwe aba. Clovis Blaise arongoye umugwi w’abategura igiteramo akaba yamenyesheje ko imyiteguro igeze kure kuko ngo imigwi indwi yose y’abaririmvyi bazoseruka kuri uwo munsi bariko baraheraheza amasubiramwo y’indirimbo z’uguhimbaza, harimwo na zimwe mu rukurikirane rw’indirimbo za Dudu yise ‘Uri mwiza’. Akaba kandi yaboneyeho akanya ko kwibutsa ko ico giteramo kizobera aha mu gisagara ca Bujumbura mu kibanza co kuri ‘Jardin Public’, kuva igihe c’isaha zitandatu z’umurango. Abaririmvyi bazotangura kuririmba kuva igihe c’isaha icenda z’umuhingamo. Imyiteguro mu buhinga bw’ivyuma naho ngo igeze kure nkuko bimenyeshwa na Seth aserukira Buja Events. Kubijanye n’amatike yo kwinjira mu giteramo, Clovis Blaise agira ati: « Nti muhendwe canke ngo muzimire. Amatike abaha uruhusha rwo kwinjira muyasanga kuri Athénée Primaire iri mu gisagara ca Bujumbura kuva kuwa kane isaha imwe y’igitondo gushika ku w’iyinga isaha zibiri z‘igitondo ». Yongerako kandi ati: « Amatike yari yarateguwe yo kwinjira ku bihumbi 5.000 Fbu yararangiye, ubu hasigaye itike z’ibihumbi 10.000 mu bibanza bisanzwe, hamwe n’izibihumbi 30.000 Fbu mu bibanza vy’iteka. Ku bashaka gushigikira abaririmvyi bahimbaza indirimbo z’amashimwe bazotanga 100.000 Fbu gusa. »  Dudu azoba arikumwe n’abandi baririmvyi rurangiranwa nka Apollinaire Habonimana, Redemption Voice, God’s Believers, Prince Mshindi, Reavel Jesus, SMS, Big Zoé, Prince Tuombe, etc. Mu ntumbero yo kuryosha igiteramo, ‘Now Creative’ yaranatumiye urwaruka rw’Abarundi b’abanyabuhinga mu bijanye no kurunga indirimbo babinonosoreye hanze y’Uburundi nka Arsène Nimpagaritse avuza igitari co mu bwoko bwa « solo », Chritian Kibamba rurangiranwa mu kuvuza ingoma hamwe n’umuhinga mu kuvuza igitari co mu bwoko bwa ‘basse’ Yvan Kwizera. Dudu, umutumire mukuru w’ico giteramo akaba yamenyesheje ko uwoba akunda indirimbo zo gutazira Imana akaba anashimishwa n’ibikorwa abaririmba indirimbo za gospel bakora, ko yoterera agacumu k’ubumwe mu kugura indirimbo ziwe kugira aronke inguvu zokubandanya gukora izindi kuko ayo mahera ariyo ahemba abacuraranzi, n’abazihinyanyura mu vyuma kugira zibashikire zityoroye neza: « Kanatsinda igiti kimwe ntikiba ishamba. »
Hariypngabo Martial
7 juillet 2019 at 11 h 57 min											 Ni vyiza cane. Twari tumukumbuye
Ikirundi coba gikoreshwa neza mu muziki wo mu Burundi ?
Kw’igenekerezo rya 21 Ruheshi uko umwaka utashe, Uburundi bwama bwifatanya n’amakungu mu guhimbaza umunsi mukuru waharihiwe umuziki. Ivyo biri ukwo mu gihe hari abavuga ko umuziki w’Uburundi woba uriko urata akanovera bivanye n’akamenyero k’abaririmvyi batari bake biharaje kuririmba indirimbo z’ikirundi mu mudiho w’ikizungu
Bamwe mu bakunzi b’umuziki bitereye mu myaka iyo bumvirije ingene urwaruka rw’ubu rwikora mu gahogo rugatako rugakoresha n’amajambo atabanyura ubwenge, hari aho bibanka mu nda bagaheza bakagira bati: ”Eweee rwaruka rw’ubu ! Akaranga kariko karatituka!” Bizimana Claude, ni umwigisha kw’ishure shingiro afise imyaka 42. Uyu avuga ko akunda cane umuziki, ariko akanegura ingene bamwe mu rwaruka rw’ubu rwijukiye kuririmba, rutabigira nk’umwuga ahubwo rubigira kugira rwiryohere. Ku bijanye n’akanovera k’amajambo akoreshwa mu muziki, agira ati: ”Hariho abaririmba indirimbo zinyura amatwi, ariko hari n’abandi wumviriza indirimbo ikarinda ihera utumvise ico bashaka kuvuga”.
Ni kwo kuvunira akagohe urwaruka mu kuvuga ko ukuririmba atari ugushaka kumenyekana gusa, ahubwo ko ari ukwigisha, uguhanura biciye mu rurimi runoboye. Abaririmvyi bo babibona gute? “Nk’umuririmvyi w’umurundi, ikirundi ndagifata nka karangamuntu yanje. Bumvise jewe bumve ikirundi kandi bumvise ikirundi bumve jewe umurundi”. Ayo ni amwe mu majambo umuririmvyi w’umurundi akaba n’umunyeshure muri Kaminuza y’Uburundi mu gisata c’indimi, imico n’akaranga nyafirika Barutwanayo Carito batazira Bar C akoresha mu kwerekana ikibanza aha ikirundi mu muziki akora. Ngo ikirundi ni ururimi rukenye? Haba namba… https://t.co/eV5LSBNQPd#Burundi #IndimiKama #JournéedelaLangueMaternelle #MotherLanguageDay pic.twitter.com/0gjjHHIiBk — Jimbere (@JimbereMag) February 25, 2019  Bar C abona ko no muri iki gihe ikirundi gifise ikibanza kitari gito mu muziki nubwo ngo hacibonekeza agahaze mu bijanye no kwubahiriza inyubako yaco igihe bandika indirimbo canke bikora mu gahogo. Nikwo kubisobanura agira ati: « Erega akanovera k’indirimbo ntikari mu mudiho gusa, karanari mu gukoresha amajambo atyoroye afise ico asigura.”
Na yo ku kuvanga indimi mu muziki, ntatinya kwemeza atarya umunwa ko ari vyiza, ngo bisabwa gusa ko zivangwa mu mategeko maze zose zikubakwa neza kandi zigatanga ubutumwa ukwo buri bugashika no ku bo bwagenewe. Ibintu vyarahindutse Harabaye igihe ikirundi cari citwararitswe cane mu muziki nkuko vyemezwa n’umuririmvyi Bérénice Irumva. Ngo imbere y’1993, umuririmvyi yaririmba indirimbo zifise akanovera, zifise ico zisigura. Ariko ngo inyuma gato y’1993 haraje urundi rwaruka rw’abaririmvyi baririmba uruvangatirane rw’indimi, bakaririmba biryohera gusa.
Irumva agira ati: ”Twebwe abaririmvyi bo muri iki gihe ca none turakwiye kwegera abatwitangiye imbere mu muziki bazi vyinshi, tukabasaba impanuro, tugaperereza, kandi tukiyumvira cane ico tugomba kuvuga tukaraba ko kiri mu karanga k’iwacu.” Freddy Kwizera batazira Botchum arongoye ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi we ati: ”Nta muntu akwiye kugira ico anegura ku bijanye n’ikoreshwa ry’ururimi mu muziki, kuko ushaka gutera imbere ukora ivyo abandi bakunda; kandi ukaraba abo ushaka kubwira. Ehe namwe ni murabe: abaririmvyi bazwi nka Kidum batanguye kumenyekana igihe batanguye kuririmba mu giswahiri. Erega niko, ni narwo rurimi ruhuza abantu benshi mu karere duherereyemwo”! Burya mu bisanzwe nkuko Ferdinand Mberamihigo umuhinga mu rurimi rw’ikirundi akaba n’umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi abimenyesha, ngo mu muziki, iyo ari umuziki uhanitse, unoboye, aho harakenerwa ubuhinga bw’ururimi, impinyanyuro zigakoreshwa kandi n’amategeko y’ururimi agakurikizwa, ariko iyo ari imiziki isanzwe ngo hari igihe umuririmvyi akenera kuvanga indimi kugira umuziki wiwe uryohe ariko akabigira adataye iciyumviro c’ubutumwa ashaka gushikiriza.
Muri Festicab bati, « harya amagara meza no guhindura ivyiyumviro ni umutahe ukomeye »
«Ugufungura neza, uguhindura ivyiyumviro, ugukora imigambi, ukugira inyifato nziza, ni bimwe mu vyokorwa n’urwaruka uyu munsi kugira ngo ejo harwo hazobe heza». Vyashikiririjwe mu ruganda rw’inyigisho z’urwaruka, rwatunganijwe na «Festicab» rishigikiwe n’ishirahamwe ry’ibihugu vyunze ubumwe riharanira iterambere, «PNUD». Hari kuri uyu wa kabiri kw’igenekerezo rya 4 ruheshi, muri zone Kinindo iri mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura aho hakorwa uruganda rw’inyigisho ku rwaruka ku civugo: «Amagara meza ku rwaruka n’ukwikorera imigambi». Ngabo Léonce, kizigenza w’isabukuru ritanga inyigisho ribicishije mu mareresi mu Burundi, agira ati : «Nk’uko twama tubigenza igihe cose uko umwaka utashe kuva mu mwaka wa 2009, turatora icivugo kugira ngo dutange inyigisho ku rwaruka bivanye n’intambamyi tuba tubona zibahanze, kugira ngo bamenye uko bokwifata». Ni muri iyo ntumbero rero Léonce Ngabo avuga ko uyu mwaka hatowe icivugo kivuga ku rwaruka n’amagara meza mw‘iterambere, kuko ngo hari hamaze kwibonekeza ko urwaruka rufise ingorane z’ukwiyumvira hakiri kare ingene rwobungabunga amagara yarwo ubona ko urwaruka rw’uyu munsi arirwo Burundi bw’ejo . Gentille Nahimana, umwe mu bariko baratanga izo nyigisho, ngo urwaruka barwitezemwo vyinshi. Kandi uretse n’ivyo, ngo rufise amahirwe menshi yo kugira kazoza keza hamwe rwohindura ivyiyumviro rukifatira ingingo yo kwitwararika ivyoruteza imbere.  Bimwe mu bikunda kuzingamika iterambere ry’urwaruka Louis G. Togba, yari yaserukiye ishirahamwe PNUD, agira ati:«Ukunywa ibiyayuramutwe (inzoga, itabi…), ugufungura nabi , ukwikumira, ukutagira imigambi, ugukengera akazi, Ukwigira sindabibazwa , ukwishinga amarigara…birashobora gutuma iterambere ry’urwaruka rizingama kuko baba bishinze guta umwanya muri ivyo , bikazotuma impera n’imperuka, bo n’abana b’abo batabaho neza mbere n’igihugu muri rusangi kikabura umutekano biturutse kuri izo ngeso». Uruhara rw’ireresi mu nyigisho Léonce Ngabo amenyesha ko isanamu imwe iruta amajambo igihumbi. Abisigura avuga ko urorereye ibintu mu buryo bw’ireresi bimata mu mutwe gusumba ibisomwe canke ivyumvirijwe. Ngo niyo mpavu inyigisho zihabaye zigaherekezwa n’amareresi bifasha cane ubona ko n’urwaruka rw’uno munsi runezerwa cane n’ukuraba amareresi gusumba kwicara rwumviriza ijambo. Amagara yacu, umutahe wacu Ginette Karirekinyana, asanzwe atezimbere imfungurwa n‘imiti kama arabisigura. Agira ati: «Nk’uko uwufise umutahe w’amafaranga awanjanjweko ahomba, ni ko n’uwufise amagara meza ayanjanjweko aseseka kandi ho bikaba ibindi kuko amaze guseseka ahomba nabi». Uwufise umutahe w’amagara rero aba afise ikindi. Karirekinyana avuga ko ari muri iyo ntumbero bahimiririza urwaruka kubungabunga amagara yarwo neza kuko babuze amagara yabo bazoba babuze vyose. Yaboneyeho n’akaryo keza ko kuvunira akagohe urwaruka ngo rwijukijukire gufungura imfungurwa zirimwo intunga magara hamwe n’ukugira imyimenyerezo y’umubiri kugira rugumane amagara meza. Urwaruka rero ngo rurakwiye kwifatira ingingo bikirushobokera, mu kwigenga Ubuntu, ugufungura neza bifadikanije no gukura amaboko mu mpuzu rugakora kuko arirwo soko ry’iterambere kandi ibikorwa n’inyifato yarwo bikaba arivyo bizotuma igihugu gisasagara kigasagamba canke kigasambuka, bizovana n’ukuntu ruzoba rwaritwaye rukiritera rukarisama kuko burya ngo «inkoni uzokwitwaza mu busaza, uyica ukiri muto».
« Ireresi ni umwuga mushasha urwaruka rukwiye kwijukira »
« Urwaruka rurakwiye kwijukira umwuga mushasha wo guhingura amareresi rukitandukanya n’ibintu vyose vyotuma bishira ubuzima bwarwo mu kaga, maze rukabikora rufise amagara meza kugira rwubake Uburundi bwiza ». Vyashikirijwe kuri uyu wa 31 rusama 2019 mu kigo c’igishirizwamwo imyuga mu Kigobe mu gihe hariko haruguruzwa icese isabukuru igira 11 y’amareresi mu Burundi (FESTICAB). Mu gihe muri iki gihe urwaruka ruhanzwe n’ingorane nyinshi nko kubura akazi, ukunywa ibiyayura mutwe, inzoga zirenze urugero hamwe n’ubushakanyi, hatangunjwe kuri uyu wa 31 rusama indwi yahariwe isabukuru y’amareresi mu Burundi FESTICAB igira 11 ku civugo «Urwaruka n’amagara meza», mu ntumbero yo guhimiriza urwaruka kurinda ubuzima bwarwo maze rukijukira umwuga mushasha wo gukora amareresi usigaye ukenewe hose mu makungu kugira rwiteze imbere.  Munyana Francine arongoye Festicab ati « Ibishasha ni uko abantu b’i Mugina, i Tangara, i Gatara, i Kigamba n’Isare bazoshobora kurabira amareresi ariko arahiganwa baciye mu bigo vyagenewe ugusoma n’imicokama CLAC » Muri iyi minsi urwaruka rwijukiye kuraba imboneshakure, rurumva ningoga amakuru, inyigisho n’ibindi bibera mu makungu biciye mu masanamu asigaye aronderwa cane. Ku bw’ivyo, ico urwaruka rukeneye si ibiyayura mutwe, akaborerwe canke ubushakanyi ahubwo rukeneye gushira iguvu mu kurondera ubumenyi mu bijanye n’ugukora amareresi meza ashobora kuruteza imbere rukamenyekana mu gihugu eka no mu makungu. Urwaruka rwokwijukira amareresi ameze gute? Léonce Ngabo arongoye FESTICAB agira ati: « Twebwe muri Festicab, tujejwe kwerekana amareresi yerekana ibintu vyiza kandi birimwo inyigisho nziza; ari ibintu vy’amahoro, ibintu vy’umubano, amagara, imico n’akaranga vy’igihugu kugira urwaruka rumenye ibikenewe birufasha kwiteza imbere mu buzima bwarwo». Yongerako ati: « Naho hoba harabaye ibintu bibi, ntituvyerekana kuko kwoba ari ukwigisha urwaruka gukora nabi, nyabuna turabiyungurura ibibi tukabita tukerekana ivyiza birimwo inyigisho n’impanuro urwaruka rukeneye». Léonce Ngabo abona ko urwaruka rwohitamwo umwuga wo gukora amareresi canecane rukitwararika gukora ayigisha kandi adatuma rushira ubuzima bwarwo mu kaga. Excellent Nimubona umuhagarikizi wa Festicab 2019, avuga ko amareresi meza yerekana akaranga k’igihugu kandi agafasha mw’iterambere no mu guhindura inyifato za bamwe n’abandi. Agira ati: « Ireresi iratwigisha, idushira hamwe ikatwereka ikibanza dufise mu kibano». Amareresi yoba yarijukiwe? Francis Muhire umunyamabanga mukuru wa Festicab, avuga ko hari igihe amareresi y’abarundi akomera ukabona ko abayakora bayijukiye n’igihe basubira hasi. Léonce Ngabo na we yemeza ko mu myaka yahera bashobora kuronka nk’amareresi 20 ariko uyu mwaka w’2019 habonetse amareresi 10 gusa, maze ngo ivyo bikaba vyavuye k’ukuntu urwaruka rutahaye agaciro uwo mwuga mushasha hamwe n’ibihe bigoye Uburundi bwaciyemwo. kubw’iryogabanuka ry’amareresi Ngabo agira ati:« Festicab, turiko turakorana n’abasanzwe badufasha nka Reta n’ikigo c’imico kama kugira twongereze inyubakwa zo kurabiramwo amareresi twongere turonse uburyo urwaruka rwinshi rushobora gukora amarerensi menshi kandi meza, maze rushobore kuronka ico rukora kiruteza imbere ».  Mu gutsimbataza no guha ikibanza kibereye amareresi yaba ay’abarundi canke ay’abanyamahanga, Festicab yarihaye ihangiro ryo kwerekana amareresi uhereye mu mazoni y’igisagara ca Bujumbura gushika no mu makomine yo hagati mu gihugu kugira n’urwaruka rusanzwe rwo mitumba rwigishwe biciye mu mareresi. Inyigisho n’ibiganiro bishingiye kuri ayo mareresi azerekanwa bikaba bitegekanijwe kugira berekane akamaro n’uruhara rw’amareresi mu kibano.
Urwego nshingwa kirundi mu Burundi, ruza gusubiza ikibanza ciza ururimi kavukire
Urwego nshingwa kirundi rwarongeye kunagurwa mu Burundi kugira rutangure ibikorwa vyo gusubiza akanovera ururimi rwa ba sokuru. Ni ivyashikirijwe kuva kuri uyu wa 23 gushika 25 ndamukiza 2019 mu ruganda rujanye n’umugambi ntunganya ndimi rwatunganijwe n’ubushikiranganji bw’imico kama n’inkino kuri «Centre Suédois» mu Kinindo. « Hari vyinshi bihagaze kubera ata rwego nshingwa kirundi ruriho ». Bishikirizwa n’umuhinga mu kirundi Ferdinand Mberamihigo Umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi mu gisata c’indimi n’imico nyafirika. Uyo muhinga agira ati: «Kuva Uburundi bwikukiye kugeza ubu ntakazinduzi n’imwe y’ikirundi iriho, ivyo bituma umuntu ataronka aho ashobora kuraba insobanuro y’amajambo agoye. Ikindi nta majambo yo kuvuga ibijanye n’ubuhinga ariho n’ibijanye n’ibisomwa vy’ikirundi vyose birahagaze kubera ata rwego nshingwa kirundi (Académie Rundi) ruriho». Mberamihigo akaba amenyesha ko n’ubwo ibintu bimeze ukwo, hari iteka ry’umwami ryo mu 1962 ryashiraho urwego nshingwa kirundi rwari gukurikirana ikoreshwa ry’ikirundi mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu, ariko urwo rwego rukaba rwagumye mu nyandiko gusa rutigeze ruja ku kivi ngo rutangure ibikorwa. Inyuma y’imyaka irenga mirongwitanu, mu 2014 akaba ariho hashirwaho itegeko ry’umukuru w’igihugu rigena inagurwa ry’urwego nshingwa kirundi hamwe n’izindi ndimi zikoreshwa aha mu gihugu. Hitezwe iki ku rwego ntunganya kirundi? Ferdinand Mberamihigo abandanya amenyesha ko bitumvikana kubona ururimi rw’ikirundi rudatejwe imbere kandi rusanzwe rugira kabiri mu ndimi zifise ikigega c’amajambo menshi ku mugabane wa Afirika inyuma y’igiswahiri.
Akavuga rero ko urwo rwego nshingwa kirundi ruje guha ikibanza ca mbere ikirundi mu mashure no mu bindi bisata vy’ubuzima bw’igihugu, gutunganya inyandiko y’ikirundi imwe ihurirwako na bose, ugucura amajambo mashasha asanzwe atabaho bivanye n’ico bashaka kuvuga mu kirundi, ugushira ikirundi ku rubuga ngurukana bumenyi hamwe no gutunganya kazinduzi zirimwo amajambo mashasha ajanye n’igihe. Umushingamateka Hilaire Ntahomvukiye agira ati: « Ikirundi kirakwiye kwiganza mu guhanahana amakuru, ubuhinga, ubumenyi mu kibano gutyo umurundi agakurira mu kirundi kikaba ari co kimufasha kumwugururira inzira ku zindi ndimi ». Amenyesha rero ko urwengo nshingwa kirundi ruzoba rujejwe gutezimbere ubwo butunzi bwose ndangakaranga umurundi ashobora kuvuga mu rurimi rwiwe kavukire. Yongerako kandi ko urwo rwego rwoba ari urw’abahinga bafise umutima ukunda uburundi n’ikirundi, bashobora kwiyumvira ingene bohindura indero mu mashure, bakaraba ingene borera mu kirundi, kandi bakabitegura kuburyo n’icokirundi cokwigishwa mu kirundi kiryoshe. Ikirundi hamwe n’izindi ndimi Melchior Ntahonkiriye Umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi, na we nyene avuga ko urwego nshingwa kirundi ruzitwararika ikirundi ubwa mbere ariko ruzoraba n’izindi ndimi zikoreshwa ngaha mu burundi. Melchior Ntahonkiriye Umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi, mu gisata c’igifaransa. ©Jimbere Magazine Agira ati: « Dukikijwe n’ibihugu ngaha hafi eka mbere no kw’isi yose. Ntidukwiye guheba izo ndimi z’abanyamahanga kuko zidufasha kumenyesha ivyo dufise ngaha iwacu kugira abatabizi, kandi batazi n’ururimi rwacu babashe kubimenya». Akamenyesha kandi ko muri uwo mugambi ntunganya ndimi, ubwambere haza ikirundi, hagakurikira icongereza, igifaransa hama igiswahili. Edouard Ntamatungiro na we akaba ari umuhinga mu kirundi, avuga ko ururimi rw’ikirundi rukwiye gukingirwa n’urwo rwego nshingwa kirundi, hagashirwa ho n’umurwi w’abahinyanyuzi bashobora guhindura inyandiko zanditswe mu ndimi mva mahanga zikakaja mu kirundi rwo rurimi ruhuza zina murundi wese. Yongerako kandi ko ururimi rw’icongereza ruzoshimikwako kuko ari ururimi ruriko rurakoreshwa cane mu buhinga bwa none. Urwengo nshingwa kirundi, ni igisata gihambaye gitegerezwa gukora c’igenga, kigizwe n’abahinga babunyoye mu kirundi barajwe ishinga n’ugusubiza ikibanza ururimi kavukire. Abahinga mu bijanye n’umugambi wo gutunganya indimi bakabona ko ico gisata cotandukana n’ubushikiranganji bw’imico kama n’inkino bisanzwe bitegekanijwe ko cokukiye kubera yuko urwo rwego ruzoba rufise amabanga menshi ruzitwararika gutyo akaba ari rwo rwokwitunganiriza ibikorwa rudakukiye ikigo c’imico n’akaranga.
Ngo ikirundi ni ururimi rukenye? Haba namba …
Ururimi rw’ikirundi rubitse ubutunzi bwinshi. Ivyo ni ivyagaragariye mu birori vyo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe ururimi kavukire. Vyari vyatunganijwe n’ishure Kaminuza ry’Uburundi ryifadikanije n’ikigo CEBULAC.  Denis Bukuru, Umwigisha wa kaminuza mu gisata c’indimi n’imico kama y’abanyafirika ati: “Mwari muzi ko hamaze kwandikwa mu Kirundi ibitabu vy’imitsindo vy’abarangiza kaminuza bishika ijana”? Uyo muhinga aragaragaza ibintu bitandatu abarundi bihendako ku rurimi rwabo: Ngo ikirundi kirakenye ? Bukuru arabibeshuza. Ati : “Ikirundi kirafise amajambo atomoye ashobora gushikiriza ivyumviro birashe vy’ubumenyi n’ubuhinga bwa none”. Uburorero atanga ni: umuyagankuba, ikigendajuru, imitsi nsanzazamaraso ni amajambo y’ubuhinga abarundi badafise ariko bakoresha. Ferdinand Mberamihigo we avuga ati: “Ni twaba tuvuga ko ikirundi gikenye, duce twemera ko n’izindi ndimi zikenye”. Atanga akarorero k’amajambo ururimi rw’ikirundi rufise, ariko mu rurimi rw’igifaransa atabaho canke bataronkera insiguro. Akarorero: Gutengata, amakaba, amarindira,… Hari n’ayandi majambo y’ikirundi yikwije, ata jambo rimwe riyasigura rihari mu gifaransa. Ni nk’aya: Guheka (mu gifaransa: porter sur le dos). Ferdinand ati « porter sur le dos » nticama gisigura mu kirundi guheka. Muri make ati « nta rurimi rukenye, rumwe rwose ruvuga ivyo rukeneye ». Ikirundi ngo ntikirenga imbibe? Ishwi mama! Ikirundi kirarenga imbibe mbere kigashika no mu makungu. Bukuru ati: “Mu Burundi ikirundi kivugwa citwa ikirundi, mu Rwanda citwa ikinyarwanda, muri Congo citwa ikirundi canke ikinyamurenge, muri Tanzaniya kivugwa ari Igiha, igihangaza canke igishubi, muri Ouganda kivugwa citwa ikivubira,… mbere kiravugwa no mu mahanga hose ahantu haba abarundi canke ku masamirizi mpuzamakungu nka BBC na VOA). Ikirundi ngo ni co kuvuga gusa? Ahibambe we! Umuhinga Denis ati “Biratangaje ingene inama, ijambo, ubutumire,… bitegurwa mu Kirundi yamara hageze gushikiriza icegeranyo kigatangwa mugifaransa”. Ivyo vyerekana ko abarundi twibaza ko ikirundi ari ico kuvuga gusa. Hageze kwandika tugakoresha izindi ndimi. Denis we arayica umurya. Ati: “Mbega nko gukora umugambi, ukawandika ku capa mugifaransa hanyuma ugaca ugishinga mu murima w’ibigori aho abagisoma batumva urwo rurimi bisigura iki? Ba kimyozi nabo nyene ati batangaza mu gifaransa ubuhinga bwabo bafise mu kumwa kandi bamwa mu Kirundi ». N’ubundi burorero bwinshi. Ngo ntawokwandika ubutohoji mu Kirundi... Dufatiye nko ku mwanditsi Ntahokaja Jean Baptiste, ibice birenga 70% vy’ubutohoji yagize yabwanditse mu Kirundi. Muri make ibitabo vy’imitsindo bimaze kwandikwa n’abamaze kaminuza birashika ijana. Ikirundi ngo nticotira amajambo mu zindi ndimi… « Eka da! Hari amajambo menshi mu kirundi dukoresha tutazi neza ko ari amarahurano. Ehe nawe irabire: ikawa, igitabu, ikaramu, isaha, isahani,… ayo n’amajambo yatiwe mu carabu aciye mu giswahili », nk’uko umwigisha Bukuru abisigura. Arabandanya ati: « Ishati, uburengeti, imodoka ni amarahurano ava mu congereza. Ijipo, ibiharage, itabi… na yo yavuye mu gifaransa. Patiri, imisa, umukirisu,… ayo yose yatiwe muki latini. » Ikirundi coba cononwa n’urwaruka. Habe n’intete! Bukuru ati: “Ukutacitaho kumenya ivya kera ngo tubivuge mu kirundi, no kutamenya ivy’ubu mu kirundi ni vyo vyonona ururimi kuko abakiri bato barahura ivyo bavuga babikuye kubakuze, mu nsamirizi, mu nama mu mashengero, mu binyamakuru, n’ahandi”. Gertrude Kazoviyo na we ati: “Ikirundi nticahawe ikibanza gikwiye mu mashure”. Aha afatira kumasaha make cane ahabwa ikirundi ugereranije n’ururimi rw’igifaransa n’icongereza.
Umugambi w’inyigisho ndoragitsina ku rwaruka rwose ruri kw’ishure
Kuvuga ibijanye n’inyigisho ndoragitsina ku rwaruka no ku miyabaga harimwo canecane kuvuga ibijanye n’ingene imiyabaga yokwigenza mu gihe c’uburumbuke, ku bijanye n’urukundo, inyiyumvo, n’ingene bokwigenza mu muryango, … Ivyo vyose rero bikaba biri mu mugambi Menyumenyeshe w’ishirahamwe Cordaid ufise ihangiro ryo kwigisha urwaruka n’imiyabaga ifise imyaka iri hagati 10 na 24 irondoka rijanye n’amagara meza. Ku bijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza, abigeme usanga ari bo babangamiwe cane ku mashure. Kuri ivyo nyene, mwomenya ko igitigiri c’abigeme batwara inda batipfuza bakiri kw’ishure kiguma ciyongera: muri rusangi ivyo bitigiri vyavuye ku 1200 mu mwaka wa 2012 gishika ku 1800 mu 2018. Iryo yongerekana ry’ibitigiri ry’abigeme biga batwara inda batipfuza rikaba rituruka ku mvo nyinshi, ariko zibiri muri zo akaba ari zo zihambaye cane: ukutagiriranira ikiyago hagati y’abavyeyi n’abana hamwe n’abantu bose bajejwe indero y’abana batari mu bayikurikiranira hafi. Ku bw’ivyo, urunani rw’amashirahamwe rutunganya uwo mugambi mu gihugu cose c’Uburundi, rwashimye gutanguza umugwi uhurikiyemwo bose ku mashure (AG): « Naho hari vyinshi bimaze gukorwa muri uwo mugambi, intambamyi zo ntizibuze. Aho twovuga nk’igitigiri gito c’abanyeshure uwo mugambi ushikira, amashure afashwa n’amashirahamwe(ONG) kugira ashire mu ngiro uwo mugambi usanga arinda kurindira uburyo buva hanze, abantu bahawe inyigisho ku bijanye n’uwo mugambi usanga ari bake cane, canke imigambi mitomito itegurwa usanga itwara uburyo bwinshi,…», nk’uko bishikirizwa na Roza, ahagarariye uwo mugambi mu ntara ya Muramvya, mu gihe hariko harugururwa uruganda rwo guhimiriza abantu kuja mu mugwi uhurikiyemwo bose ku mashure AGE rwabaye kuva ku wa 25-27 Ntwarante 2020. Abari bitavye muri vyo birori na bo bakaba ari abanyeshure baserukira abandi,abayobozi b’indero hamwe n’abamagara y’abantu ku rwego rw’amakomine n’intara, abajejwe intwaro, abavyeyi, abarongoye amashengero,… iryo koraniro rikaba ryari rifise ihangiro ryo kwibukanya ibikorwa vy’umugambi Menyumenyeshe no kwerekana abegwa bose n’indero y’abanyeshure ku mashure kugira bace barimburira hamwe urugero bagezeko muri urwo rugamba rwo kwigisha no gukingira abana gutyo banishirireho ihangiro ry’ivyo bagiye gukora. «Muri make, intumbero y’umugwi uhurikiyemwo bose kuri buri shure, ni iy’uko woshikira abanyeshure bose bafise imyaka iva kw’ 10 -24 barabwa n’umugambi Menyumenyeshe. Ubwa mbere, hafatiwe ku ruhara rw’umwe umwe wese afise ico yoterera, umugwi uhurikiyemwo bose uratuma batondeka ibikenewe n’ivyo bamaze gushikako kugira bashireho urutonde rw’ibitegekanywa gukorwa hisunzwe ubushobozi bwa buri shure», vyavugiwe mu Rumonge na Jérémie Hakizimana, umuhagarikizi w’uwo mugambi ku rwego rw’intara imbere yuko hatunganywa uruganda bijanye aca agirako yibutsa ko uwo mugambi w’imyaka itanu uriko urarangira. Agira ati: «Icipfuzo cacu si uko umugambi wobandanya gusa, ahuwo ko woshika ku mashure yose yo mu Burundi. Ku bw’ivyo, dushaka gushira abantu bose bafise ico boterera yaba uwo kw’ishure ndetse n’uwegereye ishure, mu mugambi w’imyaka ibiri canke itatu, uwo mugambi na wo ugatanguzwa ku buryo buri ku mashure, maze ubone kubandanya kandi uzomare igihe». Muri uwo mugambi, Jérémie Hakizimana arangiza agira ati: « Ishure ni ryo ryashizwe imbere kandi rifise uruhara ntangere mu gushira mu ngiro ku mashure ibikorwa vy’inyigisho ndoragitsina. Nayo uruhara rw’amashirahamwe akorana n’uwo mugambi rukaba ari urwo gushigikira ibikorwa biba biriko birarangurwa no gukomeza ibiyago bibera hagati y’amashure». Umugambi Menyenyumenyeshe ufashwe mu mugongo n’ubuserukizi bw’Ingoma y’Ubuhorande mu Burundi, ukaba ushirwa mu ngiro n’abanywanyi bagize urunani rw’ashirahamwe ya  Cordaid, Care International Burundi, UNFPA, afadikanije n’ubushikiranaganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida, ubushikiranganji bw’urwaruka, ubushikiranaganji bw’indero, ubushikiranganji bw’urwaruka amaposita ubuhinga no guhanahana amakuru, ubushikiranganji bw’agateka kazina muntu imibano n’iterambere ridakumira hamwe n’abandi basanzwe bakorana na Reta. Cordaid rero isanzwe ikorera mu ntara 8 ari zo: Karusi, Cankuzo, Mwaro, Muramvya, Rutana, Bururi, Makamba na Rumonge.
DCE Mutimbuzi: Abanyeshure 9.000 ni bo bazimirije ibikoresho vy’ishure mu mwuzurira wahateye
Inyuma y’aho inkombe z’uruzi Rusizi zirengerewe biturutse ku mvura idasanzwe yaguye maze  rwiyarira mu mazu y’abantu amashure n’insengero bikarengerwa, Georges Nzeyimana umuyobozi w’indero muri komine Mutimbuzi amenyesha ko ku bigo vy’amashure 14 vyakubiswe n’ico gihuhusi, 4 (Mushasha I, Mushasha II, Warubindo, LC Kinyinya) ari vyo bitariko birakora kuko vyasinzikaye cane. Bose hamwe muri iyo komine, abanyeshure bababa 9.000 harimwo abigeme 4.264 barahatakarije ibikoresho vy’ishure. Nk’uko vyerekanwa mu cegeranyo cakozwe n’ubwo buyobozi bw’indero muri iyo komine, abanyeshure 3.548 harimwo abigeme 1.664 ni bo bahora biga muri ayo mashure 4 yugaye gushika ubu. Georges Nzeyimana, agira ati : « Si icoroshe na mba gutororokanya ivyahononekariye kimwe ku kindi kuko usivye ibikoresho abigisha bataba muri ako gace bari batashe batahanye, ibindi vyose vyaramizwe n’amazi. Twari dusanzwe dufise n’ubukene bw’intebe ubu ho ni ibindi, ibitabu vy’abanyeshure, ivy’abigisha vyari vyasigaye  mu mashure, amakaye nta na kimwe cokowe». None abo banyeshure gushika ubu  bari he? Bamwe babaye barabasabira aho baba barigira ku bindi bigo, abandi baracari mu mihana iwabo. Georges Nzeyimana agira ati : « Abari biga kuri arya mashure yasinzikaye cane bamwebamwe  twaciye tuba turayasabira aho baba barigira, inyuma y’umutaga, ariko rero si yose kuko nka Mushasha II ntiratangura ariko Warubondo baramaze kuronka aho bigira naho nyene batanguye itariki 11/5/2020. Mushasha I higa Cycle 4 ni bo batanguye kwiga mugabo izindi « cycles» zitatu za mbere ntiziratangura». Nayo abanyeshure bahora biga ku Mushasha, bamenyesha ko bafise ikibazo c’uko ata makaye, amakaramu eka ata n’imyambaro y’ishure bafise kuko iyo bambara yafuriwe n’amazi, ntibaronka akaryo ko kunyaga amagara n’ivyabo. Ariko rero ngo bafise inyota idasanzwe yo gusubira gukurikirana ivyigwa ubona ko umwaka w’ishure wariko wegereza kurangira. Abiga kuri Kinyinya ya II na bo bati : « Naho tuzosubira mw’ishure, dufise ubwoba ko bitazotworohera  gukurikira ivyigwa n’inzara mu nda. Nyabuna Reta hamwe n’abagiraneza boturonsa utwo gufungura kuko n’ubundi kwigana umukanda mu nda bigoye cane. Hari aho dufungura rimwe gusa ku munsi ahandi tugatubika uwa vubi. Iyo baba abandi bodusabiye ibibanza nko mu mashure afise uburaro». Georges Nzeyimana, agasaba ko abogira ico bafasha bogarukira kuri ayo mashure kuko hari ubukene budasanzwe bw’intebe z’abanyeshure, ibikoresho vyo gukarabiramwo, ibitabu vy’abanyeshure, utuzu tw’ubwiherero bisabwa ko dusubirwamwo, gupompa ibibanza vyashikiriwe n’imyanda, indobo ziriko amarobine n’ibindi.
Ubukene bw’amazi, ikibazo gihanze amashure atari make yo hagati mu gihugu
Ku mashure menshi yo hagati mu gihugu haribonekeza cane ubukene bw’amazi butuma isuku ku magara y’abanyeshure ahungabana. Ni amakuru yatohojwe mu ntara ya Bubanza na Cibitoke Mu ntara ya Bubanza kw’ishure shingiro rya Gihanga I hari abanyeshure bashika 1274 bagizwe n’abahungu 622 hamwe n’abakobwa 652. Ariko kuri iryo shure hakaba hari ibombo ry’amazi ririko utu robine dutatu hamwe n’umuringoti uriko udutoboro dushika 10 bubakiwe n’ishirahamwe ECOSSAN. Umuyobozi w’iryoshure Joseph Nitunga avuga ko ayo mazi adakwiye kuko abanyeshure ari benshi kandi bataronka uko bakaraba. Agira ati: « Amazi ni make cane kuko abana ari benshi. Iyo bavuye gukina baragwanira kuri utwo turobine ugasanga baratwishe». Ku bijanye no gukaraba n’amazi meza n’isabuni ku banyeshure, umuyobozi avuga ati: « Abanyeshure barahawe inyigisho zikwiye ku bijanye n’isuku nk’iyo bavuye mu kazu ka surwumwe, iyo bagira bafungure, iyo bahejeje gufungura ndetse n’ibindi vyinshi. Ariko abana ntibavyubahiriza iyo bari hano kw’ishure kubera ata mazi akwiye n’isabuni bihari». 🔴 Au lycée Butara (@CibitokeProv), les élèves savent déjà qu'il y a un danger nommé "#coronavirus". C'est pourquoi ils suivent les mesures d’#hygiène dans l’établissement, corollaires des droits #pourchaqueenfant#Burundi #school2020 pic.twitter.com/QCxqWSpSAq Mu ntara ya Cibitoke hoho ni agahomera bunwa! Ku mashure amw’amwe ari mu ntara ya Cibitoke haribonekeza ubukene buteye ubwoba bw’amazi aho ahinanase ngo barafise amazi usanga ari irobine imwe nahonyene hakaza amazi make cane. Aho ni nko kuri ecofo Rugombo I aho hari ibomba rimwe na ryo nyene barisangira na ecofo Rugombo III.  Aho rero vyibonekeza ko abanyeshure ari benshi cane. Asa n’uwugereranya umwarimu umwe yavuze ko kuri ayo mashure uko ari abiri hoba higa abanyeshure barenga 2800. Ecofo Ndava I, na Ndava II hoho hari ibimenyetso vy’amabomba yigeze kuhubakwa ariko ntagikora.  Umunyeshure Niyonkuru Grace yiga mu mwaka wa gatandatu kuri imwe muri ayo mashure avuga ati: « Twebwe gukaraba n’amazi meza n’isabuni nta vyo dukora kuko amazi aha kw’ishure atayo dufise. Ariko twarigeze kuba dukoresha amazi ya honyorukarabe, mugabo utu bidons yaba arimwo abanyagihugu bahegereye baca batwiba». Eka mbere n’umurezi waho Raphaël agira ati: « Biragoye cane kuko nk’iyo umwana avuye mu kazu ka surwumwe atera aza mw’ishure adakaravye kandi aba afise akamoto katameze neza. Ivyo rero biraheza bikanatera umudugararo mw’ishure».
Uburyo Reta itegekanya mu mwaka wa 2020-2021: ngaha aho amafaranga azoja
Uburyo Reta y’Uburundi itegekanya kuzokoresha mu mwaka wa 2020-2021 buheruka kwemezwa n’inama nshingamateka ku bice 100% : igihengeri c’imiriyaridi 153,2 Fbu ni co kiri mu gateganyo k’ayazokoreshwa, yose hamwe amafaranga Reta izokoresha akaba arenga ibice 10,8 % ufatiye ku yazokwinjira … Ugereranije n’amafaranga yari yategekanijwe mu mwaka wa 2019-2020, integuro y’amafarnga y’umwaka wa 2020-2021, azotuma haba iyongerekana ry’ubutunzi ku rugero rwa 4,3%. Imiriyaridi ziharurirwa mu 95,7 Fbu ni yo mafaranga yiyongereye mu nteguro ya 2020-2021 ugereranije n’ayo Reta yari yarategekanije mu mwaka wa 2019-2020 (yavuye ku miriyaridi 1327,08 aja ku 1422,81. Ni ukuvuga ko yaduze ku rugero rw’ibice 7,21%). Dufatiye ku mafaranga Reta yari yategekanije kuzosohora mu 2019-2020, dusanga hongeweko ayababa imiriyaridi 59,6 Fbu mu yagiye kuzokora mu 2020-2021 (yavuye ku miriyaridi 1516,4 Fbu aja ku 1576,03 Fbu. Ni ukuvuga ko yiyongereye gushika ku bice 3,9%.) Igihengeri c’uburyo butegekanywa gukoreshwa caciye kigabanuka : cavuye ku miriyari 189,3 Fbu (3,02%, PIB) mu 2019/2020 gikorokera ku miriyaridi 153,2 Fbu (2,17% du PIB) mu ntegekanyo ya 2020/2021. Ahanini amafaranga Reta itegekanya kugoresha akaba azoshirwa nko mu mishahara y’abakozi (imiriyaridi 465,4 Fbu kuri imiriyaridi 946,5 Fbu). Ku rundi ruhande, iyo poritike yo kuzirikana igihengeri kiri mu buryo bwategekanirijwe umwakawa 2020-2021 izotuma amadeni igihugu cahora cinjiramwo agabanuka : azova ku miriyaridi 175,0 Fbu (2,7% ya PIB) mu 2019/2020 akorokere ku miriyaridi 138,9 Fbu (1,97% ya PIB) mu 2020/2021. Uburyo Reta yategekanije buzotangwa ku bisata nyamukuru nk’uko biri mu mugambi w’iterambere mu gihugu « PND 2018-2027 » Ku wa 21 Ndamukiza 2020, umushikiranganji w’ikigega ca Reta Dr Domitien Ndihokubwayo, yari yatumiwe mu ngoro y’inama nshingamateka. Mu vyo yasiguye bijanye n’itegeko rigenga amafaranga azokoreshwa yamenyesheje ko ku bijanye n’ishirwa mu ngiro ry’amafaranga yategekanijwe mu 2020-2021, hazoguma hashirwa imbere ndetse hanisungwe Ibisata nyamukuru nk’uko biri mu mugambi w’iterambere mu gihugu « PND 2018-2027 ». Mu ntumbero yo kuzamura ubutunzi, hari amafaranga azohora ashirwa mu bisata vya Reta biza imbere y’ibindi. Ivyo bisata ni ibiduza ubutunzi bw’igihugu nk’uburimyi (imiriyaridi 107,5 Fbu), ubutare n’amasoko ntanganguvu (imiriyaridi 126,8 Fbu), igisata co gutwara abantu n’ibintu (imiriyaridi 64,3 Fbu) ; igisata c’umutekano (imiriyaridi 83,8 Fbu), igisirikare ( imiriyaridi 1291,2 Fbu) ; igisata c’indero (imiriyaridi 321,7 Fbu), amagara y’abantu ( imiriyaridi 223,8) ; … Hamwe n’ivyo, ubwo buryo bwategekanirijwe kuzokora mu 2020/2021, biboneka ko buzohura n’imyitwarariko ikomeye ya Reta. Aho twovuga nk’ibikorwa vyo gushigikira imigambi y’iterambere y’amakoperative yo ku mitumba (Hazokoreshwa imiriyaridi 87,8 Fbu), gukurikirana poritike yo gutanga uturusho mu gisata c’ubuvuzi hisunzwe ubukerebutsi n’ubushobozi bw’abakozi (imiriyaridi 26 Fbu), gushira ikirenge ca Reta mu mabanki y’uburimyi n’iy’abakenyezi (imiriyaridi 3 Fbu), umugambi w’iterambere ushobora gutuma hatangwa ubuzi (imiriyaridi 31,4 Fbu), … Mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi Tuyage ufashwe mu mugongo na USAID, ikinyamakuru Jimbere cifadikanije n’ishirahamwe Search For Common Ground Burundi mu gikorwa co kwandika inkuru zijanye n’ivy’ubutunzi mu gihugu.
Kwandika ibitabu vy’inkuru mvabwenge (romans) mu kirundi, umwuga usa n’uwutabaho
Ibitabu birimwo inkuru zanditswe mu rurimi rw’ikirundi ntibishemeye cane mu Burundi bivanye n’uko abanditsi canke abipfuza kwandika muri urwo rurimi babiheba ku gutinya ko bohava bahura n’ikibazo co kubura ababisoma gutyo bagasesera uburyo bwabo ubusa kandi batari bubugaruze. Ferdinand Mberamihigo umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi mu gisata c’indimi n’amayagwa nyafirika ati: «Kuba ibitabu vy’inkuru z’ikirundi bitagwiriye ntibisigura ko abarundi badashoboye kuvyandika. Oya, ahubwo ahanini biva ku kuntu urugero rw’abasoma ibitabu mu Burundi ari ruto cane kandi na bake basoma ugasanga bihatira ku vyanditswe mu ndimi mva mahanga gusa».  Uyo mwigisha avuga kandi ko ukubura abantu bashobora gushigikira ivyo bikorwa mvabwenge vy’abanditsi bituma n’ababa bafise inyota yo gusiga izina mu bitabu igenda irazimangana. Agira ati: «Hari abanditse ibitabu mu Kirundi mbere biryoshe gose ariko bitamenyekanye vyari gushobora gufasha abatari bake. Akarorero ni ak’igitabu c’inkuru mvabwenge ndende (Roman) citwa “Bugabo burihabwa mwene Nyarucari” canditswe n’uwitwa Juvénal Baransamaje coba casohotse nko mu 1991 canke mu 1992. Hari n’ibindi bitabu vyanditswe n’uwitwa Cyriaque Sumu na vyo bikaba ari nka: “Ntakibabaza nko kuburira hejuru’’, mu 1988, “Ntahomfatwa’’ mu 1993, “Banga ry’abagabo mwene kirageramiwe’’ mu 2003, hamwe n’inshembamvugo (poésie) yasohotse mu myaka ya za 80 yitwa “Ntega abiri ntere ryarenga” ya Augustin Ndirabika. Abo bose ni aberekanye ko kwandika mu Kirundi bishoboka ariko batamenyekanye cane».  Abanditsi n’abo bati: «Uburyo ni ikibazo gikomeye» Joseph Butoyi arongoye ishirahamwe ry’abanditsi ryo mu Burundi na we avuga ko ibituma abantu batandika mu Kirundi biva ku kuntu ibijanye no kwandika bidateye imbere mu Burundi kandi bitanashigikiwe ku buryo umwanditsi yoshobora gutungwa no kwandika gusa. Anamenyesha kandi ko abantu benshi bafata ikirundi nk’uko umenga kiza inyuma y’igifaransa mbere bakibaza ko atari ururimi rw’ubuhinga. Joseph Butoyi akavuga ko hamwe igisata co kwandika coshirwamwo uburyo, abanditsi bagakarihirizwa ubwenge, inkuru zandikwa mu kirundi zikamenyekanishwa, ibitabu vyanditswe mu Kirundi na vyo vyogwira. Na we Alain Patrick Muheto arongoye ikigo CEBULAC, avuga ko igikorwa c’abanditsi muri rusangi gikwiye gushigikirwa kuko kikiri hasi cane. Avuga ko Reta n’amashirahamwe avyipfuza vyotanga uburyo bukwiye, hakabaho kurondera no gutanga ubushimwe ku banditsi, hakanagwiza ibigo nka CLAC (Centre de Lecture et d’Animation Culturelle) vyo gusomeramwo ibitabu. Akanabona ko n’ibisomwa vy’abanditsi b’inkuru mu kirundi vyonashirwa mu mashure, abana bakaronka abo bafatirako akarorero gutyo bagakura bakunda kwandika utuntu n’utundi eka mbere banakunda gusoma ibitabu. Mwomenya rero ko kugeza ubu, mu Burundi hari ibigo vyo gusomeramwo ibitabu (CLAC) 49 ariko ibitabu vy’inkuru mvabwenge vyanditswe mu Kirundi biri mu ma CLAC ari bike cane gose, nk’uko bishikirizwa n’uyo arongoye CEBULAC.
« Inyigisho zahawe abanyeshure mu kwikingira Ebola zabaye nkenerwa  mu kwirinda n’ibindi biza »
Kuva aho ikiza c’indwara ya Ebola kivugiwe cane ko kiriko kiriha inkumbi muri Repuburika iharanira Demokarasi ya Congo, Uburundi, na canecane intara zihana urubibe na Congo zaciye ziba maso maze zitangura kwigisha abantu ibiranga iyo ndwara n’uburyo bwo kuyirinda, ndetse n’ibindi biza vyokwaduka inyuma ya Ebola. Muri urwo rugamba rero, n’abanyeshure ntibasigaye inyuma. Kuri Ecofo Rugombo I na III uhageze, umunyeshure wese wobaza ati Ebola ni iki? Azokubwira adakekeranya ko Ebola ari umugera w’indwara wandukira ningoga kandi wica mu mwanya muto. Abo banyeshure bo kw’ayo mashure baremeza ko hari abigisha babigishije ibiranga uwo mugera mbere bakaba banishimira ko babimenye. Dorcas Ntiyatwibagiye umwana w’umwigeme w’imyaka 12 ubu yiga mu mwaka wa 5, ku bijanye n’ibimenyetso biranga uwo mugera w’indwara ya Ebola, abizi ku mutwe. Agira ati: « Uwo mugera urangwa n’ubushuhe,ukumeneka umutwe, ugucika intege, kuribwa no kutagira inguvu mu mitsi,guhurirwa ku mubiri, iseseme no kuyorwa, ugucibwamwo, kuva amaraso ahari intoboro zose z’umubiri». Ivyokorwa mu kwirindira Ebola n’izindi ngwara Ndayegamiye Jonas umunyeshure wo kuri ecofo Rugombo III avuga ko bigishijwe ko iyo umuntu agaragaje ibimenyetso vy’indwara ya Ebola imbere yo gushikanwa kw’ivuriro abanza kwitura abantu bahawe inyigisho zerekeye Ebola, n’ibindi biza, agataramurwa agashirwa ahawenyene, hama bakabona ku mujana mu bitaro vyagenewe kwakira abo bagwayi kugira akurikiranwe mu kuvugwa n’abaganga babinonosoye. #Burundi #CoronaVirusUpdate pic.twitter.com/4bO6FQNSNA Irishura Samson wo kuri Ecofo Rugombo I agira ati: « Kwirinda uwo mugera wa Ebola ni ugutaramura umuntu yoba agaragaza ibimenyetso vy’uwo mugera, agashirwa ahawenyene, gukaraba buri mwanya canecane iyo uhejeje kuyorwa canke iyo uvuye mu bwiherero». Eddi wo kuri iryo shure nyene, avuga ko mu vyo bokwirinda kandi harimwo kudakora canke kutiramba ivyavuye mu mubiri w’uwiketswe ari nk’amasobwe,umwanda mukuru, ibiyorwe,amate, intuguta, amaberebere n’ibindi. Uwo munyeshure yongera akavuga kandi ko bokwirinda ibikoresho vyose vyoba vyakoreshejwe n’uwugwaye canke uwikekwako ivyo bimenyetso ari nk’ishuka,impuzu, ubwiherero bwakoreshejwe n’uwufise ibimenyetso vyawo,… Wizeyimana Salif wo kuri Ecofo Rugombo III na we yongera ko kizira kikazirizwa kwegera ibikoko vyanduye yaba ivyapfuye canke ibikomeye canke ko umuntu yokora kuvyavuye kuri ivyo bikoko. Muri vyo, akaba adondagura inguge, inkende, uduhungarema, ibinyogoto,ingeregere, ingurube n’ibindi. Mu gihe ikindi kiza giherutse kwaduka arico korona virisi kigisibije kw’isi yose, ico kiza kije gisange urwo rwaruka rufise ubumenyi buhagije kubijanye no kwirinda ibiza, na cane cane Ebola, narirya uburyo bwo kuyikingira budatandukanye cane n’ubwa Ebola, aho ihimirizwa rinini rihagaze mu gukaraba kenshi mu ntoke, no mu kwirinda gukoranako canke kwegerana.
Kaminuza za Reta: amahera 2000 yo gusinyisha «contrat de prêt-bourse» arateye amakenga abanyeshure
Mu gihe «prêt-bourse» yariko irakwiza imyaka itatu itangwa mu makaminuza ya reta ata kirinze gusabwa, ikigo BBES (Bureau des Bourses d’Etudes et de Stages) carasohoye urwandiko rumenyesha ko umunyeshure wese asaba ingurane abwirizwa gutanga 2 000 Fbu yo gusinyisha «contrat de prêt-bourse». Ayo nayo agahabwa umu «notaire». Abanyeshure bakaba baserura amakenga ku maherezo y’ayo mafaranga mu gihe atahora atangwa. Haraheze iminsi ikigo BBES gisohoye itangazo no Réf:611/BBES/58/2020. Abanyeshure bo mu makaminuza ya Reta baronka «prêt-bourse» ntibaryakiranye urweze. Ikigo BBES kivuga ko umunyeshure atanga ifishi yo gusabirako ingurane iherekejwe na 2000 Fbu. Ayo na yo, bakavuga ko ahabwa «notaire» kugira yemeze ko umunyeshure agiriraniye amasezerano na reta yo gusaba ingurane kandi azoyisubiza (contrat de prêt-bourse). M.J umunyeshure aserukira abandi muri imwe mu ma kaminuza y’Uburundi iri mu gisagara ca Bujumbura, avuga ko imbere yuko hasohoka itangazo, habanje kuza abakozi bo muri BBES kubasigurira ibijanye n’itangwa ry’ayo mahera, bababwira kandi ko n’abagenzi babo b’i Nyamugerera bariko barayatanga. Ayo mahera atozwa na «délégué» agashikanwa muri BBES hama akaronka akaresi kemeza ko ishure aserukira ryarishe. Ivyo rero bikaba bitera amakenga abanyeshure kuko batumva igituma akaresi gahabwa ishure aho guhabwa umunyeshure umw’umwe wese. Banafatiye ku kuntu bari basanzwe baronka iyo ngurane ata na kimwe kirinze gusabwa kiretse kwuzuza impapuro bahabwa, abanyeshure benshi  ntibatahura neza iyo ngingo nshasha. Bitayeko, n’itangazo ribahamagarira gutanga ayo mahera ryamanitswe ku bigo vya kaminuza bararinegura kuko ritagira itariki ryatereweko umukono. Bakavuga ko bakeneye umuco ukwiye. Muri BBES bati: « Ayo mahera ntiyibwa ahabwa notaire » Eddy Claude Nitegeka umuhanuzi muri BBES agira ati:«Abanyeshure bagitangura gusaba ingurane, ni bo gusa bisinyira amasezerano y’ingurane basavye. Ariko haribonekeje agahaze. Umuntu yarashobora kuyisaba yiga nko muri kaminuza y’Uburundi, yayoberwa agaca aja kwiyandikisha gushasha nko kuri ENS canke akabiheba kugira acikane ingurane yasavye reta. Hari n’igihe umunyeshure yiyandikisha nko kuri ENS atararonka iyo ngurane agaca ahindura akaja kwiga nko muri INSP, amahera ugasanga asohoka kabiri. Kubera rero ko Reta idaheranwa, hafashwe ingingo yuko abasavye bose iyo ngurane baca kwa « notaire » umwe kandi afitaniye amasezerano n’ubushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza akavyemeza mu mategeko. Izo nyandiko z’abasavye ingurane ni nawe azishingura kugira abayisavye babe bazwi kandi bazotorwe hamwe mu gihe co kwishuza. Rero, mu mategeko ikintu cose «notaire» agiriye « légalisation » bamuha 2000 Fbu. Ni co gituma n’abo banyeshure babwirizwa kuyariha. Na yo ku bijanye n’igituma ayo mahera atoza aba « délégués » mbere n’uturesi akaba ari bo duhabwa, Nitegeka avuga ko bashatse ko bibera ku rutonde ata kajagari kagiyemwo. Agira ati : « Turetse umwe wese akayijanira kwa «notaire», hari aboyatanga batevye ugasanga bacereje abandi kuronka iyo ngurane ku gihe. Ariko biciye k’uwuserukira abandi, bica binyaruka kuko atangira rimwe urutonde rw’abarishe gutyo agahabwa akaresi kemeza ko amahera yashikanye ahuye n’igitigiri c’abayisavye ». Nitegeka akavuga ko abafise amakenga yohera kuko umu « notaire » bakorana azwi kandi abimenyereye. Uwo na we akaba ari Clotilde Niragira yigeze kuba arongoye ubushikiranganji bw’ubutungane. Rero, bivanye n’uburyo Reta ifise, abanyeshure bahabwa iyo ngurane ibafasha kwiyungunganya mu bijanye no kwiga ari abo muri kaminuza y’Uburundi, abo kw’ishure nderabigisha ENS, kuri INSP n’abo kuri ISGE, umwe umwe akaba yandikiwe 60.000 Fbu ku kwezi, ariko akaba aronkera rimwe 177.000 FBU mu mezi atatu kuko hakurwako 3000 Fbu vy’ayo baba barihiwe agakarata ko kwivurizako.
Ir moivre
22 avril 2020 at 19 h 37 min											 Gusa ibibazo nkivyo ubushikiranganji bubijejwe nibwo bwobikemura bugatanga umuco , iyo ngingo ikaba ije ah usanga 2000 kumunyeshure ari amahera meshi , uko ndavyumva bikwiye gushirwa mwitegeko , muga ababijwe bontanganiriza abo banyeshure hama ayo mahera 2000 akabanza akirwa kandi akumvikanako nabo vyega
Abanyeshure barahagaritse umutima kubera ikiza c’umugera korona
Kuva aho
hamenyekaniye ko mu Burundi hari abantu bagwaye umugera korona, ubwoba ni
bwinshi mu banyeshure babandanya bahurira hamwe mu mashure. Uwo ari we wese
atonda umutima utari mu nda yibaza ko hamwe hoba hari umwe muri bagenziwe yoba
yaranduye uwo umugera yohava yanduza abo bigana bose. M.G ni umunyeshure yiga muri imwe mu
makaminuza yigenga iri mu gisagara ca Bujumbura. Kuva acumva ko mu Burundi ico
kiza cahageze, yifatiye ingingo yo kudasubira gutonda mw’ishure kiretse agiye
gukora ikibazo gusa. Agira ati: «Urabona
mw’ishure tuhahurira tuvuye mu makaritiye atandukanye. Hari igihe wosanga hari
umunyeshure yaba mu gace uwatowe uwo mugera yabamwo ugasanga nawe aranduye.
Kubera abanyeshure tuguma duhura wosanga ibigo vyose vyafashwe. Rero jewe nzoba
ndabangira,nzosubirayo mu gihe mbona bikenewe, dufise nk’ikibazo». Nawe M.J yiga muri kaminuza
nderabigisha ENS, avuga ko n’ubwo atonda kw’ishure, agenda afise ubwoba
bwinshi. Agira ati: «Ntubona ko ubu bamaze kuvuga ko hagwaye koronavirisi abantu
3, nibakwira nka cumi bataratanga itegeko ryokwugara amashure, nzoca ntekera
utwanje nidugire iwacu ruguru kuko hoho vyopfuma nta ruza n’uruja ruriyo. Maze
hariho n’abatagitonda kw’ishure iwacu kubera ubwoba»! Naho ku mashure hafashwe ingingo yuko
umunyeshure wese abanza gukaraba n’amazi meza n’isabune imbere yo kuja
mw’ishure, bamwe mu banyeshure bavuga ko ivyo bidahagije. Kuko ngo baheza
gukaraba bagaca bahurira ku ntebe imwe barenga babiri, eka mbere ugasanga
baguma batizanya utuntu n’utundi banasamuriranirako. Mw’ishure ngo no gusiga
umwanya mu gihe bavugana hagati yabo ntibidakunda.   Reta y’Uburundi iti: «Nimugume ku bikorwa vyanyu» Mw’itangazo Reta y’Uburundi yasohoye ku 02 ndamukiza 2020, irahumuriza
abantu bose ko boguma ku mirimo yabo. Imenyesha ko kugeza ubu ata zindi ngingo
zirafatwa kiretse izihasanzwe zo gukurikiza amabwirizwa y’isuku. Ahubwo nyabuna
ihamagarira abantu kutumviriza inkuru zica ivutu no gushengeza abakwiragiza
ibihuha ko nihagira igihinduka mu bijanye n’ingingo bizomenyeshwa na Reta
ibicishije mu nzego zibijejwe. N’umushikiranganji wo kubungabunga amagara y’abantu avuga ko abantu badakwiye kugira ubwoba,ahubwo borema bakijukira kwikingira. Bishitse umuntu akagwara uwo mugera naho ngo ni ukumenya ko uwo mugera uvurwa ugakira. Kubw’ivyo rero, ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu buhamagarira abantu bose gutekana maze bakaguma ku bikorwa vyabo nk’uko bisanzwe ariko bakitwararika gusumba gukurikiza ingingo ngenderwako zitangwa n’abajejwe amagara y’abantu.  Mwomenya rero ko mu vyo kwitwararikwa
cane kugira abantu birinde ico kiza ari ugukaraba kenshi hakoreshejwe amazi
meza n’isabune, kwirinda kuramukanya indamutso zo guhoberana canke gukorana mu
ntoke, kutikora mu maso ku mazuru no ku munwa kutaja mu migwi ikoraniyemwo
abantu benshi, gusiga umwanya ungana n’imetero hagati y’umuntu n’uwundi,
kudakororera canke ngo wikokomorere aho ariho hose, kwasamurira mu ntege
y’inkokora, n’ibindi.
« Uburyo reta itanga muri Master ni buke ugereranije n’igitigiri c’abo bwategerezwa guhabwa »
Inyuma
y’amezi arenga 6 abanyeshure biga mu mwaka wa mbere wa Master muri Kaminuza
y’Uburundi no muri ENS bataronswa prêt-bourse, bamwe muri bo batanguye guheba,
abacinanata na bo batonda vya nabinabi biturutse ku mikoro make. Mu biro biraba
ivy’itangwa rya prêt-bourse bati : « Uburyo ntibukwiye. » Kuva aho agakuru
k’indinganizo y’inyigisho za Master gashikiye muri Kaminuza y’Uburundi co kimwe
no muri ENS, abanyeshure batari bake bari bakiri mu gice ca mbere c’amashure ya
Kaminuza baragize inyota n’imihigo vyo kwongereza ubumenyi, ubona ko bari
bemererwa n’ingurane y’ibihumbi ijana ijana ku kwezi, bibasahiriza mu kubaho. Mu
bakoze ikibazo gitanga uburengazira bwo kubandiriza ivyigwa muri Master, hari
mwo abari bamaze igihe bakora ubuzi nk’uko hari n’abandi ari ho bari bagiheza
amashure, batararonka aho bisumamwo.
Hari n’abandi ari abanyagisagara. Ubwo barabandanya ivyigwa bose ? Inyuma
y’akayunguruzo, igihuhusi c’ubuzima …  « Sigaho si ayo kuvugwa. Ni bimwe nyene
amosozi y’umugabo atemba aja mu nda. Aha burya turaremvye. Kuba mu gisagara ca
Bujumbura amezi 6 utari imvukira yaho canke ngo ube ufise igisanira basi
kikuronsa aho ukika umusaya, ubaho wimenya muri vyose, utonda no kw’ishure, biragoye
».  Iyo ni yo nyishu M.S yishuye aho
yariko atuyagira ingene kwihangana vyarenzwe agire ahave atekera asubire ruguru
ku gatumba. N.D wewe avuga ko aho
bigeze, bitagikunda ko atonda iminsi yose, nyabuna ngo aza aranyuzamwo asimbira
kurondera icorirenza nakare ngo « Hakora mu nda ». Yongera ko
ati : « Burya nkiza gutangura
narinzi ko utwo dufaranga tw’ingurane ari two nzohora nisuganya mwo, kuko ariho
narinkiheza amashure y’igice ca mbere ca kaminuza, ntaratsitara n’akaraka, none
undabire ». Kuki
ayo mezi yose ata gakacira ? Eddy Claude Nitegeka,
umuhanuzi muri BBES (Bureau des Bourses d’Etudes et de
Stages) mu bushikiranganji bw’amashure yisumbuye n’ubushakashatsi,
amenyesha ko ayo mafaranga yatevye gusohoka ku mvo zibiri : « Amafaranga Reta
yahora ironsa abanyeshure bo muri za kaminuza muri rusangi imbere y’uko
hatangura gutangwa ingurane (prêt-bourse), ntiyahindutse, yagumye isohora  ari ya yandi mu gihe nyabuna vyasabwa ko
iyaduza ( kuko ubu muri iyi ndinganizo y’ivy’ingurane uwiga mu gice ca mbere ca
kaminuza yavuye ku 30 000 Fbu aja ku 60 000Fbu ku kwezi, Master 100 000Fbu
na yo doctorat aja ku 150 000F) . Hama n’igitigiri c’abanyeshure biga muri
Master ubu, cariyongereye cane. Mu mwaka w’ishure uheze, abari muri Master ya
mbere, muri kaminuza y’Uburundi bangana 176 mu gihe ubu bababa 500. » Claude akavuga ko ari ikibazo gikomeye kiraje ishinga BBES kuko burya ngo prêt-bourse yari yagenewe gusahiriza ab’uburyo buke, uno munsi ikaba ishakwa na bose. Naho biri uko, Nitegeka arihanganisha abo banyeshure abamenyesha ko ico kibazo gisaba uburyo kizwi kandi kiri mu minwe ya reta.
Urupapuro rw’umutsindo ntasubirwamwo habonetse ishaka rwotangwa mu Burundi
Igwirirana ry’impapuro z’umutsindo ryaje inyuma y’iyongerekana ry’amashure matomato n’ayisumbuye ntiryasize inyuma n’ingendo igayitse yo kwigana izo mpapuro. Kubw’ivyo ishirahamwe Digital Africa ryabonye ko bitohora uko, rizana umugambi wo gukora impapuro ntasubirwamwo mbere no gukingira izo mpapuro ku buhinga bugezweho. Ivyo bivugwa na Serges Nikobamye arongoye iryo shirahamwe. Kuva aho amashure
ashikiye mu Burundi mu mwaka wa 1953 mbere na kaminuza ikiyongerako mu mwaka wa
1964, ikimenyamenya ko umwana arangije ayo mashure ni uko bamuha urupapuro
rw’umutsindo. Izo mpapuro ziyongera umwaka ku mwaka ariko gushitsa ubu nta
buhinga bubereye burashirwa mu ngiro bwo kuzishingura canke ngo barwanye
biboneka gukora diplôme z’amagendu. Serges Nikobamye
amenyesha ko iruhande yo gufasha Reta kugira barwanye vy’ukuri iyo ngendo
igayitse bipfuza no gufasha abavyipfuza gushingura impapuro ngirakamaro zabo
kandi mbere zisanzwe zitoroshe kuronka.  Umuco
w’abarundi ntiworohereje ico gikorwa Nikobamye akavuga
ko kubera abarundi benshi basanzwe batanazi ivy’ubuhinga bwa none, bibagora
kubibasigurira. Agira ati: « Bobo
batubonamwo ubudandaji. Ivyo tubigisha ku bijanye nogushingura impapuro zitangwa
na Reta, ntibavyumva, ngo ntitwozibabikira na bo barakeneye kuziyegereza ». Pacifique
Ndayirata yize muri kaminuza y’Uburundi. Ku bijanye n’uwo mugambi agira ati: «
Abarundi mu muco wacu dukunda ko utuntu twacu tutwegera. Ni ukuvuga ko utwanje
ni turya nibikiye. Biragoye rero kwihutira gukora ikintu nk’ico mu gihe
kitaremezwa hose mu gihugu ».  None
hokorwa iki kugira abantu bijukire uwo mugambi? Uwo
arongoye iryo shirahamwe agira ati: « Hamwe Reta yobona ko iyo ngingo ibereye,
yofasha uwo mugambi ikawutangaza nk’itegeko kuri bose gutyo abaronse urupapuro
rutanzwe n’ubushikiranganji bw’indero rugacishwa ku buhinga bugezweho maze
nyeneyo agahabwa agapapuro kariko inumero ya diplome gusa ». Edick Niyonkuru, n’uwundi yiga muri kaminuza y’abigenga. Afatiye ku mpanuka zama zabaye ku mazu canke ku miduga zigahitana ibitari bike n’impapuro z’agaciro zirimwo, avuga ko nyabuna uwo mugambi ngirakamaro wari waratevye. « Ntawohora aho yabaye. Iryo terambere ry’ubumenyi mu gihugu rirakwiye kwigishwa urwaruka rukabona akamaro kawo. Reta ibicishije mu bushikiranganji butanga impapuro z’imitsindo bigakorana kugira batange impapuro zikingiwe, kandi zitiganwa n’abasuma ». Nikobamye rero
akavuga ko ishirahamwe Digital Africa ryatanguye mu mwaka wa 2012, rikaba
ryemerewe gukorera mu bushikiranganji bw’amakaminuza n’ubushakashatsi
igenekerezo rya 18 ndamukiza 2013 na yo mu bushikiranganji bw’indero batanguye
kuwa 2 nzero 2014, ariko ko guskika ubu ibiharuro vy’abijukiye umugambi w’iryo
shirahamwe bikiri bito cane, atashimye no kubitangaza. Tubajije umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi François Hakizimana ku bijanye n’uwo mugambi, akaba yavuze ko awuzi kandi ari mwiza ariko kaminuza y’Uburundi itarawutangura. Professeur Anastasie Gasogo D.G wa Enseignement Supérieur akaba na we uwo mugambi awukenguruka, ariko akavuga ko abariko barawurangura bawukora ku giti cabo ko mu bushikiranganji butanga diplôme batarawutangura.
Muri Kaminuza y’Uburundi, bamwe mu banyeshure batanguranye ukujuragirika
Kuri uwu wa 20 nzero, Kaminuza y’Uburundi yakiriye abanyeshure baje gutangura umwaka w’ishure wa 2019-2020. Bamwe muri bo bakaba bariko barajuragirika kubw’utubazo dutandukanye nk’ukutisanga ku ntonde z’ibisata bari barahawe, kuba batumweko batarakwiza impapuro zisabwa, …  Turi
ku munsi wa mbere w’ishure. Kuri « Paruwasi » (ikigo ku Mutanga), abanyeshure
bashasha bari bitabiriye akamo ko gutangura ivyigwa. Abashika babanza
kwiyandikisha kugira binjire mw’ishure. Ariko hari n’abandi basubizwa inyuma
kurondera impapuro zibura mu zo bategerezwa kuba bafise kugira bandikwe. Urupapuro abatari bake wasanga badafise ni urwo bita mu kinofunofu
: Attestation de réussite à l’Examen d’État.  Ikibazo si ico kudakwiza ibisabwa gusa … Mu
gihe bamwe baba bariko bariyandikisha hari abandi wasanga bariko bandikira
amakete umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi (Recteur) kubera ko batisanze ku
rutonde rw’abahawe ibisata kandi bari baraje gusaba ivyo bipfuza kwiga
bakavyemererwa ndetse bakabaha n’udupapuro twemeza ibisata bihitiyemwo.  Hari
uwundi mugwi rero w’abanyeshure basa n’abajumarariwe eka bahagaritse imitima
bibaza nimba bazoshobora kwiga ibisata bahitiwemwo kuko ngo basanze ata huriro
namba riri hagati y’ivyo bahawe n’ivyo bo ubwabo bari barisabiye. Abo
banyeshure rero bakaba bariko barashakisha kumenya iyo baca n’ivyo bokora
kugira bashobore guhinduza ibisata bahawe batipfuza.  Hari abo wasanga bize ibisata vy’ubuhinga (Scientifique A canke B) bakiri mu mashure yisumbuye, ariko bakaba basanze babashize mu bisata vy’indimi canke abashizwe mu vy’ubuhinga kandi bo bari bize indimi. Bakabona ko bizobagora cane kwiga.   Ico babivugako mu buyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi Kubw’ivyo bibazo vy’abo banyeshure, Paul Hakizimana umuyobozi w’inyigisho za Kaminuza amenyesha ko abo batisanze ku ntonde babwirizwa kwandikira « Recteur » amakete bagafatanyako n’agapapuro bari barahawe kerekana igisata bari bihitiyemwo. Akemeza ko bazoca batunganirizwa. Hama kubatanditswe kubera kubura « Attestation de réussite à l’Examen d’État », uwo muyobozi avuga ko bamaze kubwira abarongoye ibisata muri Kaminuza ko babandika bakabandanya barondera  impapuro zibura gahorogahoro bari mw’ishure gushika igenekerezo rya 14 ruhuhuma 2020. Nayo
ku kibazo c’abahawe ibisata batipfuza uwo muyobozi yagize ati : «
Vyavanye n’amanota baronse. Nimba
hari abaronkejwe ibisata basavye, nuko bari bakwije amanota ahuye na vyo. Hari
rero n’abandi basavye ibisata bihabwa ab’amanota menshi kandi bo bafise make.
Abo rero bumve ko ibibanza vyuzuye ntitwashobora kubaha ivyo bipfuza. Tuzoraba
neza kwatawe twarenganije ». Mwomenya ko abanyeshure bari bitezwe gutangura uwu mwaka, nkuko vyashikirijwe n’umuyobozi Paul Hakizimana afatiye ku rutonde rw’abari biyandikishije, bashika 4.801. Ariko akavuga ko ico gitigiri gishobora kw’iyongera kubera abo bariko barandika amakete batisanze ku ntonde hamwe n’abandi bataje kwiga umwaka uheze mugabo bakaba bariko barasaba kuza gutangura uwu mwaka.
« Mu mugambi wo gufungurira abana ku mashure, PAM ifasha amashure 820 mu Burundi »
Vyashikirijwe n’umuyobozi nshingwabikorwa w’ikigo PAM kw’isi, David Beasley, aho yari yagendeye kuri uwu wa 13 Nzero 2020, ishure Gitamo riri mu ntara ya Ngozi, muri komine na zone Ruhororo, rimwe mu mashure 45 asanzwe afashishwa imfungurwa muri iyo ntara. Mw’ijambo ryiwe, umuyobozi nshingwabikorwa wa PAM yagize ati: « Nk’uko
umuvyaro w’igiterwa wama ukenera amazi n’ifumbire kugira ushobore gukura neza
ukazotanga ivyimburwa vyiza, ni ko n’umwana akwiye kubigirirwa mu kumuronsa
imfungurwa zikwiye maze akabona kugera mu bigero, akazokwiteza imbere, mbere
akazoteza imbere igihugu n’imiryango ». Akaba yaboneyeho gushikiriza aho umugambi wo gufungurira abana ku mashure bafatanije na reta y’Uburundi ugeze: « Abanyeshure bashika 621 000, ku mashure matomato 820 ari mu ntara 18 zigize igihugu c’Uburundi, baramaze gushikirwa n’uwo mugambi wo gufungurirwa. » Hari
akarusho ku mashure ? Kuva mu mwaka wa 2014 aho PAM yatanguye uwo mugambi wo gufungurira abana ku mashure, ibitigiri vy’abaheba kwiga vyaragabanutse biboneka. Iryo shirahamwe rimenyesha ko ryisunze ivyigwa ryakoze mu myaka ibiri yonyene (2017-2019) ku mashure rikorerako, ibitigiri vy’abaheba vyavuye ku bice 11% biramanuka bishika 7%. Asa n’uwushinga
intahe, Aimable Ndabakunda, umuyobozi w’ishure Gitamo, amenyesha ko kuva mu
mwaka wa 2008, aho uwo mugambi washika kw’iryo shure, habonetse ihinduka
rikomeye. Avuga ko kuri iryo shure ibice 20% ari bo baheba ariko uno munsi
hakaba haheba 1,4%. Kukaba nkako,
burya ngo: « Inda ishonje ntiba igifise amatwi yumva », Aimable
yamenyesheje ko ico gihe iryo shure ryamenyesha abana ku bice 3,3% mu bibazo
vya reta. Nayo ubu ngo bamenyeaha kbu bice 94,4%. « Hari naho bashikira
ibice 100% ». Nayo Umushikiranganji w’indero yagize ati: « Ndashimiye cane ishirahamwe PAM ryaje
rishigikira indero ribicishije mu gushigikira umugambi wa reta wo gufungurira
abana ku mashure ».  Ashimira PAM, uwari yaserukiye buramatari w’intara ya Ngozi, yamenyesheje ko ibice 22% vy’abanyeshure bo muri iyo ntara ngo ari vyo bimaze kuronka iyo mfashanyo, agasaba iryo shirahamwe ko hamwe ryoshikira ivyo bindi bice 78 bisigaye ryoba rifashije cane.
None vyukuri hagati ya Cossessona, Sygepebu et Sepeduc, ninde avugira umwigisha ?
Muti kuki ico kibazo? Haraheze nk’ikiringo c’ukwezi Sygepebu na Sepeduc, ama syndicats y’abigisha atari mu runani mpuza ma syndicat Cossesona, abicishije ku mbuga ngurukanabumenyi, yagiriza urwo runani ko ruriko ruriba abigisha.  Agira ati : « Cossesona iriko iriba abigisha. Iriko ibatwara amahera batagishijwe inama ». Mu kwisigura, indongozi za Cossesona ziti : « Ntimurire ngo muhogore, turazi ico muduhora. Ni agashavu kuko twabankiye kwinjira mu runani ». Intandaro ya vyose si iyindi. Ni amahera 500 urunani Cossesona rwamenyesheje ko rugiye kuza ruratoza ku munywanyi wese wama syndicats agize Cossessona. Muti ayo mahera azokora iki ? Victor Ndabaniwe arongoye Cossesona aratanga umuco : « Kuva 2017 hari umugambi twise « Solidarité nationale » twashizeho muri Assemblée Générale mu nzira yo kwitabira akamo kari katewe n’umukuru w’igihugu ko gushigikirana. » Mu ntango uwo mugambi
waje kugira uze uragarukira ku bahuye n’ibibazo bijanye nama catastrophes
naturelles, nk’aba baheruka guhitanwa n’imvura, aho uruzuba rwatse canke imvura
n’urubura bikonona imirima, … Ibituma haca haduka inzara aho hantu. Ico gihe
umwigisha wese yiyemeje kuzoza aratanga amahera 4 000 mu mwaka. Ayo mahera akahora
atozwa mu biringo bibiri, muri ruhuhuma no muri Ntwarante.  « Tumaze kuraba tugasanga abo gufasha ari benshi, no hagati y’abigisha ubwabo harimwo abakeneye gufashwa, mu nama ya twese iheruka twarasavye abanywanyi ko twongerako makeya kugira abafashwa babe benshi. Bonyene batoye ko ako gafashanyo batanga koduzwa ku bihumbi bitandatu ariko hakaza haratangwa 500 buri kwezi ku ma compte », nk’uko vyemezwa na Victor Ndabaniwe. Abo mu ma syndicats adahurikiye muri urwo runani nabo bati : « Wanguha ! Umwigisha ariko aribwa. Ko Cosssesona ivuga ko ashikira abo yategekanirijwe, imiriyoni zirenga 490 zo gufasha abanya Kirundo yakamanganiye hehe ? Ko tutumvise agakuru kayo ? » Cossesona na yo iti :« Mbanje kubeshuza ko ata amahera angana uko twari bwatoze ku mwaka. Menshi twatoje ni ayo mu mwaka uheze, nazo zari imiriyoni 350 z’amarundi ku bigisha 70 000 bari muri Cossesona. kandi yarakoze ico yari agenewe gukora. Mu Kirundo twarabashikirije amatoni arenga 250 y’ibifungurwa, ibitenge, abigisha barahawe amabati mbere hari n’abashika hafi icumi twavuje hanze. Hari n’abo turihira ibitaro ». None
vyukuri umwigisha ariko aribwa ? Ku cerekeye ko abigisha
batagishijwe inama, Victor Ndabaniwe, arongoye Cossesona avuga ati : « Abakuru b’ama Syndicats baragiye baravugana
n’abanywanyi babo mu nyuma batuzanira ivyegeranyo vy’inama bagize yemeza ko
bahawe uburenganzira bwo gusinya ku gatwe ka syndicat ».
None ko hari abigisha bari muri ayo ma syndicats badatahura umugambi wa « Solidarité
Nationale », mbere batanazi n’ico ari co kandi bari muri ayo ma syndicats ?
Ndabaniwe ati :« Hariho abatarawutahura kubera
inyigisho zabo zitarabashikira kuko tumaze kuwusigurira abakuru bo mu ndero
gushika kuba DCE. Aba nabo ngira ntibarashika kw’ishure rimwerimwe ngo bawutahuze
abandi. Kubadashigikiye uyu mugambi ariko bari mu ma syndicats na bo,
twararungitse ama fiches hose kugira uwumva wese atawushaka ntibamuhatireko ».
Impande y’abari muri ayo
ma syndicats, hari n’abandi batazirimwo bavuga ko batwawe ayo mahera ari na bo
Sygepebu na Sepeduc ziriko zivugira. Uwutwara Cossesona arongera ati :« Twe nta mwigisha ari muri ayo ma
syndicats twokwubahuka gutwara amahera kuko twaranayankiye kwinjira mu runani.
Icatumye tubankira ni uko biyonkoye ku ma syndicats ari mu runani abandi n’abo
birukanwa muri yo. Bagiye gutanguza ayiwabo hari abanywanyi bari babashigikiye
bagenda bajanye. Ico niyumvira coba carabaye kubera uwo mugambi wo
gushigikirana waje imbere yivuka ryayo ma syndicats, abari muri ayo ma syndicats
ntibibibutse kutubwira tubakure kuma listes yacu ».  Mu
bushikiranganji bw’indero bobo bakivugako iki ?  Direction des Ressources humaines mu bushikiranganji bw’indero iremeza ko izi uwo mugambi wa Cossesona kandi banawushigikiye. « Uwo mugambi ni wo kuko uje gukora aho ayandi ma caisses sociales atahora ashika. N’abakozi ba ministère bariko barawitabira nubwo batari mu ma syndicats. Ku ma niveau yose hariko haraba ihimirizwa. Sensibilisation igeze kuba DCE. Mu minsi mike abigisha nabo bazoshikirwa kandi ntankeka ko bose bazowushigikira kuko ni ku neza yabo ».  Djuma Edouard, umuvugizi w’ubwo bushikiranganji abunganira agira ati : « Umwigisha atari muri syndicat ariko akaba yarakuriweko amahera niyandikire Fonction Publique ayihe nivyemeza hanyuma bamusubize amahera yiwe. Nta muntu numwe arekuriwe gukora ku gashahara kiwe ataruhusha yatanze ».
Igice ca kabiri c’umwaka w’ishure 2019-2020 gitanguye abanyeshure bo ku Winterekwa batararonka aho bigira
Mu gihe abandi banyeshure batanguye igice ca kabiri kuri uwu 6 nzero 2020, abo kuri Ecofo Winterekwa bobo ntivyakunze ko batonda mw’ishure. Icabiteye si ikindi, ni uko kuri iryo shure ariho hegeranirijwe ababomorewe amazu n’imvura imaze iminsi yiha inkumbi muri ako karere. Muti none abo bana bagiye kuba abande ?  Nk’abandi banyeshure, na
bo nyene bari batonze kw’ishure. N’abigisha ntibari batanzwe kuhashika ukuri
kwamye. Binjiye mu mashure ngo barabe ko biga ariko uruyogoyogo rwabanyagihugu
begeranirijweho ntirwabakundiye kwiga. Niho Rosalie Nganyirende, umuyobozi
w’iryo shure, yaciye abishikiriza DCE wa Ntahangwa. Uyu nawe ntiyatevye
kuhashika aca abwira abana batahe bazogaruke mercredi. « DCE yatubwiye ko hariho aho abanyagihugu
bariko barubakirwa. Ejo canke hirya y’ejo bazoba bimuriwe muri ayo mazu ».
Bivugwa na Rosalie.  Mu
gihe hari ingingo ya reta yuko umuyobozi w’ishure wese atamenyesheje ku rugezo
rwa 30% aca asubirizwa, Rosalie wewe abona ko ata nzira n’imwe ihari yo kwikura
kuri iryo tegeko. N’ubwo abanyeshure bose bariko barahahombera, abo muri 6ème
na 9ème   bobo ntacabona
bokora mu bibazo vya reta bibarindiriye.  « Mu nteguro twari twafashe ko kugira turwize umwimbu, ayo mashure azokora Concours national na concours d’entrée dans les écoles d’excellence yoguma yiga mu gihe c’akaruhuko, none nta n’umunsi n’umwe bize kubera imvura. Ivyo bikaba bije gusongera isibe umwimbu w’abanyeshure uguma ukoroka. Mu gihe mu mwaka w’ishure wa 2016-2017 abanyeshure bamenye muri Concours national ku bice birenga 90%, umwaka ukurikira bamenye ku bice 46%, uwuheruka na wo ku bice 35% ». Muti none umwimbu kuri iryo shure
ugabanuka kubera iki ?  Iruhande y’ico kindi kibazo citayemwo, iryo shure ryugarijwe n’ibindi bibazo. Ica mbere gihanze iryo shure, n’ubwinshi bw’abanyeshure. Hari uwokwibaza kw’abanyeshure 450 bokwiga mu kirasi kimwe ? Uwushaka kubitahura yogendera iryo shure kuko birashoboka. Nko muri 1ère année primaire ni ko bangana. « Bicara ari 7 canke 8 ku ntebe imwe. Dufatiye ku banyeshure 2 516 bigira mu birasi icenda, biboneka ko abanyeshure 280 ari bo boba basangira ikirasi ». Mu gihe indinganizo nshasha y’ishure shingiro ivuga ko ikirasi kimwe gikwiye kwigamwo abanyeshure 30.  Dusigara tubaza tuti bishika gute umu Directrice yandike gushika ku banyeshure 450 ? Rosalie ati: « Ugira aho uhejeje kwandika abakwiye kugira abana bige neza, uza ubona DPE, DCE, abarongozi mu ntwaro hamwe n’abategetsi baserukira abanyagihugu umwe wese akuzaniye abiwe kandi utegerezwa kubandika, na cane cane ko turi muri wa mugambi wa « twige twese » » . Muti none bandika gute ari 8 ku ntebe imwe ? « Hariho bamwe bandika bafatiye ikaye mu kirere, abandi bakandikira mu migongo ya bagenzi babo. Hari n’abandika baryamye hasi ». Ikibazo uwo ari we wese asigarana ni « Mbega abo bana bandikira mu kirere biga mu wa mbere, ubwo bazobimenya neza » ?   Ikena ry’ibikoresho vyo kwigisha rica riza rigasongera isibe. Iruhande yo kwicara ku ntebe imwe ari benshi, ngo nta n’ibitabo bikwiye bihari. « Muri iki kigo cose, nta kirasi na kimwe gifise ibitabu bingana n’intebe zikirimwo. Muri cycles zitatu za mbere hoho birateye ikigongwe, nta n’ibingana n’inusu y’izo ntebe dufise. Na mitende ihari n’udutabo twagiye gusaba ku rindi shure ryari ryacaguje. »  Ikindi kibazo
ca gatatu nkora mutima iryo shure rihangana , ni uko ritagira uruzitiro.
« Mu gihe ata ba encadreurs
bategekanijwe dans les 3 premiers cycles za fondamental, utwana twinshi
turatoroka tugaca mu biti vy’uruzitiro twigiriye gukina amabiye, utundi
kwisimbira imigozi. Utwegereye duca twiyirukira kandi ntuzopfa umenye utwaritwo
biturutse ku bwinshi bw’abanyeshure ». Kubw’uyo  muyobozi, ngo uruzitiro rw’ishure ntirukenewe
kubw’ukugenzura indero y’abanyeshure bari mu kigo gusa, rwofasha no
kubw’ugukinga impanuka narirya iryo shure riri kuri RN1 ricamwo imiduga
myinshi. «  Mu mezi biri gusa, habaye
impanuka zine zose. Mboneyeho n’akaryo ko gusaba ko bishobotse protection
civile yoba iradufasha amasaha yo gutaha kugira abana bajabuke i barabara ata
ngorane. » Hari umuti w’ikibazo woba uriko
uraronderwa? Igituma iryo shure rifise abanyeshure b’umurengera si ikindi ni uko ari ryo ryonyene ryakira abana bo mu Nyabagere, Winterekwa no mu Gatunguru.  « Umuti w’iki kibazo si uwundi, ni uko hokwubakwa ayandi mashure narirya hari ikibanza gikwiye. Naho twogura intebe, ntitworonka ibirasi tuzishiramwo. Ikibazo caraduze kiragera mu bushikiranganji bw’indero. Une délégation ministérielle yaraje, iratembera mu mashure irabona ubwinshi bwabo. Ica iduterera iciyumviro c’uko twokwitura BISEM isanzwe ariyo yubaka ayo mashure. Twarashitseyo tujanye na DCE ariko baca batubwira ko uyu mwaka bidakunda ngo tuje barahejeje kugira planification annuelle. Ngo nta projet yo kwubaka ishure muri Mairie iriho. Turindiriye turabe mu mwaka uza».
N’abagendana ubumuga barafise ikibanza kw’ishure
Imyaka irenga 9 irarangiye Reta y’Uburundi ifadikanije n’ubuserukizi bw’igihugu c’Ubufaransa bushizeho umugambi w’inyigisho idakumira kuri bose. Muri iyo myaka rero ibitari bike vyarakozwe mu ntumbero yo kworohereza abagendana ubumuga ngo bikunde na bo baronke ubumenyi. Ariko n’ubwo biri uko ngo haracariho ico gukora muri ico gisata mu gihe hacibonekeza abarimu bafata abagendana ubumuga nkuko umenga si abantu. Kw’igenekerezo rya 3 Kigarama 2019 Uburundi bwarifatanije n’amakungu mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu w’ahariwe abagendana ubumuga kucivugo kigira ngo « Favoriser la participation sociale des personnes handicapées et leur pouvoir d’agir : un geste à la fois ». Aha mu Burundi rero uwo munsi wahuriranye n’uko amashure 31 aha ikibanza kibereye abagendana ubumunga co kimwe n’abakomeye amaze kwubakwa. Muri iyo ntumbero nyene abigisha 126 baramaze guhabwa inyigisho zishingiye ku buhinga bwokwisungwa mu gihe bariko barigisha abagendana ubumugaye. Eka kandi n’uburyo butangwa na Reta bushigikira abamugaye bwarongerejejwe aho bwavuye ku miriyoni 47 buja ku miriyoni 170. Ivyo rero bikaba vyashikirijwe na Rubin Karorero yari yaserukiye ubushikiranganji bw’indero mu ruganda rwo guhanahana ivyiyumviro ku ndero idakumira, rwatunganijwe n’ikinyamakuru Jimbere, gifashwe mu mugongo n’ikigo co gufashanya c’abafaransa (Coopération française).   Umugambi wa Reta w’inyigisho kuri bose waje gusubiza agateka abana bagendana ubumuga : « Ndanezerwa iyo mbona nshika nkicarana na bandi ata munego, tukigana, tukongera tukanafashanya mu vyigwa. Ivyo birantera intege bigatuma niga nisanzuye gutyo nkabona ndungurujwe kimwe n’abandi umwaka uheze ». Ivyo bishikirizwa na  Gahimbare Kennedy, umwe mu bana bagendana ubumuga yiga kw’ishure rya ECOFO Mirango I, ishure ririko uwo mugambi.  Intambamyi abagendana ubumuga bahura nazo iyo bari kw’ishure   Kuba hacibonekeza abigisha n’abanyeshure bagifata abagendana ubumuga nkuko umenga si abantu, inyubako n’ibindi bikoresho bitorohereza abagendana ubumuga, impapuro zemeza k’umuntu atabumuga afise iyo hageze kurondera akazi … ni zimwe mu ntambamyi abagendana ubumuga bakunze kugira iyo bari kw’ishure. Vyashikirijwe na bamwe mu bari bitabiriye uruganda rwatunganijwe n’ikinyamakuru Jimbere rwo kurabira hamwe ibimaze gukorwa n’ivyokorwa mu guha ikibanza igisata c’indero mu Burundi.   Nubwo biri uko hari bamwe mu bagendana ubumuga batigera bacibwa intenge n’izo ntambamyi bagakomeza amashure yabo no kuminuza bakaminuza. Sophie Ntirandekura, ni umunyeshure muri kaminuza y’Uburundi na we akaba agendana ubumuga. Kubwiwe ngo iyo uwugendana ubumuga yoroherejwe m’ubumuga bwiwe ntakibuza ko yiga ngo atere imbere nk’abandi na cane cane kwataba amugaye mu mutwe. Aho rero arangiza atera akamo abandi bana bagendana ubumuga biga kutigera bacika intege ni vyo bibagora ariko bagumane ishaka ryo kwiga mpaka baminuje kuko na bo bashoboye.   Inkuru yatororokanijwe na Chancelle Bamuhaye, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.
Harakenewe umwaka ugira 5 wo kuringaniza imishahara mu bakozi ba reta
Nubwo reta atako itakoze kugira umugambi wo gutunganya gushasha imishahara uje mu ngiro, biragaragara ko ukwezi kwa mbere kw’umwaka wa 2020 bitoba biraja mu ngiro kuko ibikorwa bikiri vyinshi kugira umugambi uranguke neza ata mahinyu yibonekeje.  Ivyo ni ivyashikirijwe kuri uwu 17 Kigarama 2019 na Victor Ndabaniwe arongoye urunani mpuzamasendika y’abigisha (Cossesona). Mu minsi mike cane, imyaka ine izoba irangiye umugambi wo gutunganya gushasha imishahara no gukuraho ubusumbasumbane bw’imishahara mu bakozi ba reta utanguye. Muri iyo ntumbero abaserukira urwo runani bashikirije umwitwarariko ku bijanye n’ishirwa mu ngiro y’uwo mugambi narirya inyishu y’ico kibazo kirindiranywe igishika n’abakozi ba reta batari bake basanzwe bazeye akoyokwe kuri uwo mugambi. Vyongeye biri no mu masezerano bamaze igihe kitari gito baragiriraniye n’abarongoye Reta y’Uburundi. Hari
ibimaze gukorwa? Nkuko bishikirizwa na Victor Ndabaniwe arongoye urunani Cossesona, reta yaragaragaje ishaka muri ico gikorwa. Agira ati: «Reta yaradufashije mu kubohora amapete mu mwaka wa 2003 yari asanzwe yarahagaritswe n’ingingo yo kuduga amapete hakoreshejwe ikibazo, kuduza umushahara wa mbere gushika ku bice 15% n’ibice 34% ku turusho tw’uburaro no kwiyunguruza. Reta yarasubiyemwo kandi ibijanye no guharura amakori yo ku mishahara, irahinyanyura itegeko rijanye n’uburambe mu kazi mu mwaka wa 2007 kuko iryo muri 2003 ritorohereza umukozi, iratunganya ivyo gukuraho ubusumbasumbane bw’imishahara, iranashiraho umugwi wo kuganiriramwo nka CNDS n’ibindi». None
ubu naho hasabwa iki? Victor Ndabaniwe avuga ko bihweje ibikorwa bitegerezwa gukorwa, urunani Cossesona rusaba reta gutegekanya kuva mu kwezi kwa mbere ku mwaka wa 2020 ibahasha rigizwe n’imiburiburi imiriyaridi 10 y’amafaranga y’amarundi mu mezi atandatu azotangurira uyo mwaka ayo nayo akazofasha mu kubandanya batunganya neza imishahara y’abigisha n’abandi bakozi bafise imishahara ibangabanganwa ni y’abigisha. Muri make avuga ko hasabwa umwaka wa gatanu w’itunganywa ry’imishahara. Si ivyo gusa, barasaba kandi reta ko yofata nkama uwo mugambi urindiranywe igishika n’abakozi kuva kera batibagiye kwiga neza imyitwarariko y’abakozi ku bijanye n’uturusho ku mishahara yabo nkuko vyategekanywa muri uwo mugambi. Uwo arongoye urwo runani agasaba
abigisha nabo kudaha ikibanza amakuru atari yo aca ku mbuga ngurukana bumenyi
asanzwe arimwo ibinyoma bakama na ntaryo bibuka ko iyo ntambwe bashitseko ari
icamwa cavuye mu bisabo n’ibiganiro vyakozwe n’amasendika bafatanije
n’ababijejwe. Intambamyi
mw’ihangiro bari bihaye Emmanuel Mashandari icegera c’uwuserukira
urwo runani avuga ko ahanini intambamyi yabaye akazi kenshi kategerezwa kubanza
kurangurwa imbere y’igihe. Aho rero akavuga nk’ ibijanye no gutanga amanota vyabatwaye
umwanya munini narirya ubushikiranganji bw’indero bwonyene bufise abakozi
barenga ibihumbi 80, kuraba ko amanota yatanzwe mu muco hamwe no guha agaciro
ayo amanota ari na vyo bazofatirako mu guhemba abakozi hatibagiwe gushiraho
amategeko agenga abakozi ba reta mbere no gusubiriza amategeko amw’amwe
atagihuye n’ibihe. Twibukanye ko uwo mugambi wa reta watanguye mu mwaka wa 2016 inyuma y’imyaka myinshi abakozi b’ubushikiranganji bw’indero bari bamaze basaba ko botunganirizwa atakivamwo mbere n’ingendo yo guhagarika imirimo ikaba yari yahindutse umugenzo ku mwigisha mu kugira ico asaba reta. Uwo mugenzo ukaba utakivugwa muri iki gihe.
Ubufaransa bubicishije muri PAM, bugiye kuronsa abanyeshure umwerera w’amata
Abanyeshure 13.500 bo mu ntara ya Gitega ni bo bagiye kuzohora baronswa imfunguro y’amata ingana na miriritiro 250, kabiri kabiri ku ndwi, mu kiringo c’amezi  9, nayo abakenyezi birimizi bibungenze, abonsa ndetse n’abigeme b’imiyabaga  bashika 5.000 baronswe ubuhinga bw’ukwegeranya, gushingura n’ukwengengana amata ajanwa aho ahingurirwa. Vyashikirijwe kuri uwu wa 29 Munyonyo, mu ntara ya Gitega, aho icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’Uburundi Joseph Butore yugurura icese umugambi w’igihugu c’Ubufaransa  bufadikanije n’ishirahamwe PAM, wo guteza imbere amata ahingurirwa mu Burundi biciye mu kuyafungurira abana bari ku mashure. Itanguzwa ku mugaragaro ry’uwo mugambi ryari ryakoranije abagiye gufasha muri uwo mugambi nka Stephane Gruenberg, umuserukizi w’igihugu c’Ubufaransa mu Burundi, Erika Joergensen, umuyobozi wa PAM mu karere ka Afirika y’ubuseruko hatibagiwe na bamwe mu bari mu nzego z’igihugu c’uBurundi nk’umushikiranganji w’indero Janvière Ndirahisha, n’abandi. 🔴 Dans le sillage du Programme « Cantine Scolaire Endogène » lancé en 2017 (https://t.co/GmJosVBQwn), le @BurundiGov soutenu par le @WFP, lance le « Projet de renforcement de la chaîne de valeur du lait local » avec la distribution du lait Natura dans les Ecofo #Burundi #Education pic.twitter.com/6pdqQhEerF Mw’ijambo
umuyobozi Erika Joergensen yashikirije, yashimiye Ubufaransa mu
ntumbero bwihaye yo kwifatanya n’ishirahamwe PAM mu mugambi  wo
gufungurira abana ku mashure ugana kugabanya ibitigiri vy’abana
baheba amashure bitewe n’inzara ishobora kuba iri mu miryango
itishoboye.
Stephane
Gruenberg, umuserukizi w’ubufaransa mu Burundi nawe yagize ati :«
Mu gushigikira iryo shirahamwe  PAM muri uwo mugambi  nyene ugana
kazoza k’ibibondo, ubuserukizi bw’igihugu c’Ubufaransa
bwiyemeje gutanga amafaranga 500 000 vy’amanyaburaya azofasha
abantu 18500 bagizwe n’abanyeshure 13500, abakenyezi bibungenze,
abonsa n’abigeme b’imiyabaga 5000
». ‘’Uburundi
bushira muri uwo mugambi imiriyaridi 4,6’’
z’amarundi Umushikiranganji
w’indero Janvière Ndirahisha nawe yashimiye ishirahamwe PAM co
kimwe n’Ubufaransa ariko kandi akagabisha   agirako asaba ko
atawohirahira ngo agurishe ayo mata kuko yobihanirwa cane, mbere
anamenyesha ko ayo mata azohora anywererwa ku mashure.  Nayo icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’Uburundi Joseph Butore yamenyesheje ko Reta y’uBurundi itazohengeshanya gushigikira umugambi wo gufungurira abana ku mashure kuko bituma biga banonokewe, bafise amagara meza, ndetse n’umwimbu mw’ishure ukiyongera. Yarongerako kandi ko ku mwaka ku mwaka uBurundi bushira muri uwo mugambi imiriyaridi 4,6 z’amafaranga y’amarundi. Agahamagarira rero abarimyi n’aborozi gukora cane kugira ngo ayo mashirahamwe azohore abashorera.
Rotary Club Bujumbura Umuco yatanze intererano y’intebe 100 kuri Ecofo Maramvya ya I na IV
Ico gikorwa kibaye inyuma yaho kuri ayo mashure hibonekereje ubukene bw’intebe gushika naho abana biga barambije hasi, abandi bicaye ku mabuyi. Nk’uko bimenyeshwa na Clovis Irakoze arongoye umugwi wa Rotary Club Bujumbura Umuco, ngo batanguye babisoma ku rubuga rw’ikinyamakuru Jimbere ko kw’ishure shingiro rya Maramvya ya I n’iya IV hari ikibazo c’ubukene bw’intebe mu birasi. Kubera rero ko mu vyo Rotary isanzwe ifasha hari mwo no kwitwararika indero mu mashure y’intango, ngo baciye bumva bogira ico bakoze kuri ayo amashure. Ni kwo kuja hamwe maze bamwe muri bo baranahishikira basanga koko abana biga bagundanye ku ntebe, aho vyanashika abana bakicarana ari bane canke batanu eka mbere naho bakiga barambije hasi. 🔴 La distribution d'exemplaires du @JimbereMag est une occasion de côtoyer les défis du monde scolaire à travers le #Burundi. Ici, les écoliers des écoles fondamentales de Maramvya I et IV (@BujumburaProv) suivent les cours assis par terre, ou sur des cailloux#EducationMatters pic.twitter.com/BGRECY1cxd Clovis Irakoze ari kumwe n’abo bakorana muri Rotary Club Bujumbura Umuco hamwe n’iyindi migwi bakorana bakaba bashikirije intebe 100 abarongozi b’ayo mashure kugira abana bashobore kwiga banonokewe kandi bisanzuye. Si ivyo gusa, arongera akanamenyesha ko no mu ndwi imwe canke zibiri ziri imbere bazobongera izindi ntebe 66 gutyo, zose hamwe zizobe zikwiye 166. Yaboneye ho akaryo ko gusaba abarongoye ayo mashure ko bobwiriza abarerwa babo kubungabunga izo ntebe kugira barabe ko zomara na kabiri. Iyo ntererano yakiriwe gute? N’umunezero mwinshi wigaragaza mu maso, Ngerageze Odette umuyobozi w’ishure shingiro rya Maramvya ya IV yashimiye cane Rotary Club Bujumbura Umuco ku mfashanyo y’intebe yamushikirije. Akaba yaciye amenyesha yuko kuri iryo shure mu vyukuri ubukene bw’intebe bwari bubaraje ishinga. Agira ati:” Twebwe twabona ko dufise ikibazo, ariko twabura uko tugira. Kuko burya umwana yiga yicaye hasi n’ubumuga bwoshobora kuzira mwo kuko aca yandika ahese umugongo. Ashobora rero kumugara umugongo canke ibikanu. Ikindi kandi umwana ntaheza ngo amenye kwandika umukono neza”. Yagiriyeko asezerana ko agiye kumenyesha abana ico ari co Rotary Club, yo ibakuye kwicara hasi no kugundana ku ntebe imwe ari batanu. Na we Nsabimana Bonaventure arongoye Ecofo Maramvya I yakengurutse imfashanyo bahawe kuri ico kigo. Akizera ko abana bagiye kworoherwa mu bijanye no kwicara mbere no gukurikirana ivyigwa bisanzuye. Ariko rero yanamenyesheje ko amashure shingiro ya Maramvya I n’iya IV asanzwe akorera mu birasi bimwe, ivyo na vyo bikaba ari 13 gusa. Abana bahiga ngo barakurakuranwa bamwe baza mu masaha y’igitondo, abandi bo mu rindi shure bakaza ikigoroba, gutyo gutyo. Rero ayo mashure nkuko akorera mu nyubakwa zimwe ngo baramenya gutandukanya abo bigisha. Abana bahiga bose hamwe bangana 2064. Ni ukuvuga ko Maramvya I ifise abangana 1187 na yo Maramvya IV ikagira 877. Abo bose rero bakaba bakurakuranwa ku ntebe 227 zari zihasanzwe. None Rotary Club ni iki? Irakoze Clovis ati: « Rotary Club ni umuryango munini ukwiye kw’isi yose. Uri mu bihugu bishika 200, ukaba urimwo imigwi myishi mu bihugu bitandukanye. Rotary rero ikaba ikorera cane mu bisata 6 nk’ibijanye n’amahoro no kugabanya amatati, inyigisho mu mashure shingiro, amagara y’abavyeyi n’abana, ibidukikije, amazi hamwe n’igisata co kwiteza imbere ». Mu gisagara ca Bujumbura rero hakaba hari imigwi ya Rotary ishika itandatu, Rotary Club Bujumbura Umuco ikaba ari imwe muri yo. Hariho rero n’uwundi mugwi i Gitega hamwe n’i Ngozi. Iyo yose ikaba ishigikirana iyo hagize igikorwa bagomba kurangura.
Inyifato itabereye y’abarezi bamwe bamwe : ivyashikiye umwigeme yiga mu Mabanda
Afise imyaka 19 gusa, yiga kw ‘ishure rimwe ryo mu Mabanda, i Makamba.  Wumvirije ingorane yatewe n’abarezi bataye ibanga urumirwa. Yahavuye yigira inama yo guhindura ishure bivanye n’uko hari umwigisha yaguma arondera kumushurashuza. Ikibabaje, yasanze ahungiye imvura mu muvo … Wihweza Anabelle*, uwo murerwa, ntiwopfa waraciye ikanda ko yahuye n’amahano ari hano. Ni umukobwa ashwashwanutse, akunda abandi banyeshure agakundwa, na yo ku nkuru ziwe woterama rigaca. Eka mbere no mu gakino ndanguranyigisho z’umugambi Menyumenyeshe abanyeshure bakinye, afashe ijambo bose baca bakomera amashi rimwe. Ariko yasa n’uwufise igikomere ku mutima. Haciye iminota mike atanguye kwigana ingene abarezi bamuhohoteye, amosozi yaradengereye mu maso, abo vyagoye kwiyumanganya bo baranayakorora. « Ivyo nabonye ni
agahomerabunwa »   Uwo mwigeme ati : « Nciga
mu mwaka w’umunani kw’ishure ryo mu Minago (Rumonge) iyo nturuka, umwigisha
yaje kunsaba ngo dukundane. Vyarantangaje biranantera umutima uhagaze cane nca
nihutira kubibwira abavyeyi. Bo baciye bangira inama ko ntomutuka ahubwo
nokwihangana nkarindira umwaka ugahera maze bakansabira ikibanza ku rindi
shure.  Uko yansaba ko tubonana naguma ndondera
ivyo ndamuhenda kugira singende. Bukebuke vyarakunze umwaka urahera abavyeyi
baca bampungishiriza mu Mabanda. » Naho bamuhungishije,
amahano kuri we ntiyagarukiye aho. Yapfuye gushika abanyamabanda bati
twakubonye. « Ino hari abadandaza bafise agafaranga hewe! Napfuye gushika
umudandaza ati nakubonye. Yarampenda ko ari umusore ariko maze gutohoza nasanze
yari umugabo afise abana bane. Uwo we ntivyangoye kumwikura. Kandundura, umuntu
umwe mu bandi barezi bo mu Mabanda yaciye atangura na we kundondera. Yakorera
hafi y’ishure niga ko. Yambwiye ko iminsi yose ku wa gatandatu no ku wa mungu
yama yatonze mu biro iyo afise isango.Ni ho yansaba ko noza ndaja kumuraba  aho ku biro. Umunsi umwe nagize ngo ndagenda,
atangura kumbwira ibiterasoni. Ngo « ndisumunguta », ngo « none
mpeke inzu ? » Ivyo vyose ni amajambo afobetse avuga ibiterasoni.
Ndamubwira ko bitokunda. Yaciye acisha amaguru musi y’imeza atangura kuyankoza
ko. Nca ndasimba. Aca atangura kundya umutima. Yarangoye gose gushika aho numva
noheba ishure nkisubirira iwacu mu Rumonge. Naribaza ico nakoze kugira abantu
bakuze bagume bambuza amahoro nkagihebura ». Icakijije uwo murerwa Ntiyigeze ahisha abavyeyi
biwe ibigeragezo ariko araca mwo. Impanuro baca bamuha zaramufasha cane. Ni yo
mvo bamuhinduriye ishure bamujana kwa musaza we aja mu Mabanda kwigayo kugira
bamukingire naho yasanze yahungiye imvura mu muvo. Yaranubahutse kuyagira
umuyobozi w’ishure amahano ariko arabona, kandi na we yaramuremesheje cane.
Agira ati: « Umuyobozi w’ishure yarambereye umuvyeyi abushitse. »  Ikindi camufashije cane
ngo ni umugambi Menyumenyeshe. « Umwigisha w’icongereza nagiye numva
ampamagara mu nyubakwa y’abigisha (salle des professeurs) aca atangura
kunyagira ivy’umugambi Menyumenyeshe. Naciye nemera kuwujamwo ntahigimanze.
Ariko aransigurira numvise ku mutima umenga ndaruhutse. Mu nyigisho baza
baratwigisha wamenga bariko bavuga jewe n’ibibazo nari maranye igihe kinini.
Uko nakurikirana inyigisho za Menyumenyeshe ni ko naguma numva inguvu zo
kwishura ntatinya abashaka kuntesha umwanya nkabikura ko. Ubu ngira ntawoba
akinyubahuka kuko ni je nsigaye nigisha abandi, ndi umwunganiraruganwe hano ku
kigo c’ishure ».   Menyumenyeshe yaje hageze Uwo mwigeme tuvuze ni umwe mu banyeshure b’abigeme benshi bafise ingorane zo kugeragezwa gukwegerwa mu buhumbu n’abari bajejwe kubarera ariko bataye ibanga canke n’abandi bantu bakuze ata co bibanga. Naho biri uko, hari icizere ko urwo rwaruka rugiye kuronka ubumenyi bukwiye bwo kurwanya ako kabi ku bw’umugabi Menyumenyeshe. Urwaruka rushika 4 135 rufise imyaka iri hagati y’imyaka 10 na 24 rwo mu makomine 6 agize intara ya Makamba rurakurikirana inyigisho zerekeye irondoka rijanye n’amagara meza n’izindi ndoragitsina kugira ngo bamenye ingene bitwara maze bakingire amahano uwo mwigeme yahuye na yo eka mbere bakamenya ingene bavyitwara mwo iyo ivyo bibazo bibashikiye. Amahano Anabelle yabonye ni icemeza kandi neza ko umugambi Menyumeshe waje hageze. Muri iyo ntumbero, abunganirarunganwe bashika 583 bararonkejwe ubumenyi mu bijanye n’inyigisho z’irondoka rijanye n’amagara meza kugira bashobore kwigisha abandi. Muri Makamba kandi, nkuko umugambi Menyumenyeshe wubatswe, hari amavuriro mugenzi y’urwaruka ashika kuri 12 abakiri bato bitura iyo bagize ibibazo bijanye n’ivy’ irondoka rijanye n’amagara meza. Ibiharuro vyerekana ko mu rwaruka rufise hagati y’imyaka 10 na 24 rumaze kwiturwa ayo mavuriro incuro ishika 35 000.
Vuba umupoil arasezerera Posita kuko ibiciro vyayo bitamworohereza
Inyuma
y’aho abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi baboneye
ihindagurika  ry’ibiciro vy’uturesi twavuye ku 700F tugasimbira
ku 3000F, amafaranga bakatwa ku kwezi akava ku 1500F akaja ku 2500F,
abaserukira abanyeshure bakoranye kuri uwu wa 20 munyonyo mu ntumbero
yo kurabira hamwe ingene bosezerera Posita bakimukira mu yindi banki
iborohereza nka CRDB… Amezi 4 ararumanye ubuyobozi bw’amaposita mu Burundi busohoye ikete N.réf :1560 V.ref :732/DG/2019 rimenyesha abanywanyi bose ko itegeko 732/481/DIR/C.M/Z.G/2003 ryo ku wa 06/05/2003 rigenga ibiciro vy’uturesi ryahindutse, kamwe kava ku 700F kaja ku 3000F.  Ntivyanezereje namba abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi muri rusangi kuko kuva iryo tegeko risohotse babuze ayo bacira n’ayo bamira, imyidogo iba myinshi ubona ko n’udufaranga bironkera twari dusanzwe ari duke nk’uko abo banyeshure bavyivugira.   Burya rero ngo umunyeshure aba mu buraro bwa kaminuza kuri konti yiwe ashirirwa ko amafaranga 10.000F gusa ku kwezi. Ayo nyene ni na yo bahindukira bagakura ko amafaranga 2500F (tenue de compte). Iyo asanzwe adafise agatabu ko kubikurira ko na ho, mu kumuha akaresi abanza gukurwa ko ayandi 3000F maze akabona kubikura 4500F, akaba ari yo aba arikora ko mu kurindira ko ukundi kwezi guhera. Micheline ni umwe muri bo. Agira ati: «Ni akamaramaza! Ejobundi namuye 2000F bivanye nuko amezi abiri yinjiranye mwo gutyo bankata 5000F vya ‘’tenue de compte’’ hamwe na 3000F vy’akaresi. Ndibaza ingene ngiye kubaho bikansiga ». «
Oya ntivyohora
uko» Abanyeshure
bakuru mu basanzwe baserukira abandi, bafatiye ku myidogo y’abo
barongoye, bahavuye batumiza ko inama ya mbere yo kwigira hamwe
icokorwa  maze bahita mwo gusaba ko bohindura umuhora amahera yoza
araca mwo kugira ngo uduhera twabo tubashikire. Ni ko kwiyumvira
ibanki CRDB, maze baca bigira inama yo gutuma ko abakozi b’iyo
banki kugira ngo babasigurire ibijanye n’uturusho boshobora kuronka
bataronka muri posita. 🔵 Pour rappel, le prêt-bourse qui est viré mensuellement sur les comptes des étudiants ayant réussi à l'#Exetat est perçu à La Poste, le montant variant par cycle:– 60.000 Fbu pour le 1er cycle universitaire– 100.000 Fbu pour le 2ème cycle– 150.000 Fbu pour le 3ème#Burundi https://t.co/nZl1nqRtfn Hoba
hari akarusho muri CRDB? Nk’uko
umwe mu baserukira abanyeshure yari yitavye inama ariko  atashimye
kwivuga izina abimenyesha, inama yabahuje n’abakozi b’ibanki CRDB
yabashimishije kuko ngo vyagaragaye ko hari akarusho kaboneka
bagereranije n’uko bimeze muri posita. Cédric Ncutinamagara, akorera ibanki  CRDB ari na we yari yarungitswe gusigura ingene bokorana, yamenyesheje ko hamwe bokorana boca babugururira ikonti yitwa «Compte étudiant», iyo na yo akaba ata mafaranga umunyeshure akatwa ku kwezi (frais de tenue de compte). Yabandanije
amenyesha kandi ko bo bazokwuguruza ikonti ku mafaranga 1000F gusa
(umwe umwe). Ariko rero bivanye n’uko bamwe bamwe bashobora
kutayaronka vyoroshe, ngo CRDB izorindira maze ico gihumbi gikatwe ku
mafaranga ya mbere ashizwe kw’ikonti. Vya bihumbi bitatu vyahora bisabwa ku karesi ntibizoba bigisabwa ukundi. N’umwizero mwinshi, umwe mu bari muri iyo nama yagize ati: «Hamwe vyokunda, tuzohora dukoresha ya karata  bita Carte Visa électronique maze tuzohore twamurira udufaranga aho tugeze hose. Amahera agurwa iyo karata na yo (10.000F), twemerewe ko tuzoyakatwa kabiri mu mwaka (5000F muri Ruheshi na 5000F muri Kigarama). Ariko umunyeshure ahisemwo gukoresha akaresi, azohora akatwa 1500F uko abikuye amahera, nayo uwukoresha ikarata azokatwa 500F». Ngo igishimishije kurusha, ni uko n’uduhera tw’ingurane (découvert) dushobora kuzotangwa ku munyeshure adukeneye. Cédric yagiriyeko anabamenyesha ko umunywanyi wa CRDB ashobora kubikura amafaranga aho ageze hose hari umukozi w’iyo banki nka kurya kwa ‘’Lumicash’’ mbere ko no mu kubaza ubutunzi afise kw’ikonti akoresha terefone ngendanwa. Mwomenya ko abo baserukira abanyesheshure bagiye kubandanya babivugana ko n’abarongoye kaminuza y’Uburundi eka n’abanyeshure nyene kugira bose babihurije ko bafate ingingo yuko umupware yimukira ahamworohereza. Ariko, ngo bobanza gusinyiranira amasezerano n’iyo banki.
Kubera intambamyi zo kutabona, Daniel ageze muri kaminuza afise imyaka 45
Daniel Ntiranyibagira ni umunyeshure atabona ariko w’ingabirano nyinshi n’ugucuraranga biri mwo. Yaciye mu bikomeye imbere yo gutangura ishure ariko igihe ciwe kiratinda kirashika ariga mbere ateba aba n’umuyobozi.
Uwo
munyeshure w’igitangaza yavutse mu mwaka wa 1974 muri komine
Matongo iri mu ntara ya Kayanza, ku mutumba wa Kijuri. Yavukiye mu
muryango ubayabaye. Abavyeyi biwe bakaba bari abirimizi ariko se
akaba n’umuvumbi. Ntiranyibagira Yavutse abona nk’abandi, ahuma
ku myaka 5 kubw’imbwa yamugazuye ku kuboko, abavyeyi bishinga
bamuvuza mu bapfumu amaso ateba aradegera.
Inyuma y‘umwaka anyegejwe mu nzu, abavyeyi biwe batinya ku mushira ahabona ngo boba bikojeje isoni, yariganzuye uwo mwiza ajana n’abandi bana mw’ishure aho bitamworoheye na gato ariko aranangira, ubu akaba ari mu mwaka wa mbere wa kaminuza  y’ivyizigiro vya Afirika.
Anyegururwa
n’inyota y’ishure …  Naho yari mu rutara amatwi yo yarabanze. Kubw’agafaransa k’abana bo mu kibano ntivyamukundiye ko aguma kw’itegeko yahawe n’abavyeyi. Ni vyo ikibano ngo camushibaguza agati ngo ni ikintu si umuntu. Ariko abana bo bakamukunda kuko yakunda kubacurarangira umurya w’inanga n’igitari yigishijwe na sekuru, akanabaha ku buki n’imikate se yamuha ngo amwibagize agahinda aterwa mu kibano.    Umunsi umwe ahejeje kuvugiriza umurya w’inanga abo bana ni ho yabinginga ngo bamujane kw’ishure baremera. Umwigisha akimubona mw’isomero atatira cane abamwinjije maze baramusohora. Ntiyashizwe. Yisabiye kwigira hanze ngo apfume aza arumviriza ibivugwa, ho aremererwa. Ntiyashobora kubifata vyose ku mutwe ariko ageze i muhira yaraheza agakoranya ba bana akabazimana akaziki akabasaba ko bamusubiriramwo ivyo bize naho yatevye akurwamwo.
Ishure
ry’i Gihanga riserukira abatabona, ahatorera akoyoko
Hari
mu mwaka wa 1987. Daniel amaze guhungishwa n’abavyeyi muri komine
Gatara kubw’ikibano cagira giti Nta
mpumyi yiga, yaratevye
atumwako na musitanteri yatwara ikomine ico gihe, aho yamucurarangira
inanga araryoherwa mbere aca aramukundwakaza. Ni ho yamushira
mw’ishure ry’intango ry’aho i Gihanga (Ecole
Kanura pour les Aveugles)
yigana n’abandi bagendana ubuhumyi bavuye mu mihingo itandukanye
kandi aramenya neza.
Aba
umuyobozi w’ishure yitangurije ku mashure atandatu yiwe  Iryo shure ayoboye ryitwa Espoir de l’avenir riri mu ntara ya Kayanza. Ryavyawe n’ishirahamwe yariyatanguje ARSAB (Association pour la Reintegration Sociale des Aveugles au Burundi), aho yigisha abagendana ubumuga bwo kutabona. Inyuma yo kubona ko hari abo yaramuye bashobora kubandanya ibikorwa ni  ho yigira inama yogusubira kwiga.  Mu mwaka wa 2010 ni ho yatangura ishure ryisumbuye mu Kabezi  kuri Ecole  Secondaire de la Grace aho yahavuye ahereza mu gisata c’ubucamanza mu 2017- 2018, aboneraho no gutora ikibazo ca reta araheza aja kuri kaminuza Espoir d’Afrique ari na ho yiga mu mwaka wa mbere. Abigenza
gute mw’ishure ko ubu yigana n’abadahumye  Kuri uwo munyeshure, amatwi afise ibikorwa bibiri : Kwumviriza n’ugusoma. Mwarimu akira ku mwicarika imbere kandi akigisha avuga. Bimwe abifata ku mutwe, ibindi akabifata amajwi. Hageze igihe c’isubiramwo, araheza akumviriza ya majwi gushika abifate ku mutwe.  Hari naho biba ngombwa ko asaba ivyigwa kuri « flash disc » akaja kwumviririza i muhira canke akavyandika akoresheje ya nyandiko y’abatabona, « braille ».
Hageze
umwanya wo gukora ubushakashatsi, akoresha imashini yiwe ikamusomera
nawe agaheza akabanga amatwi. Mu gihe c’ibibazo naho yishura ku
munwa kuko avyanditse mwigisha atoshobora ku bisoma.  Daniel Ntiranyibagira akaba avunira akagohe abandi bana bagendana ubumuga bwo kutumva ko batokwikengera, ahubwo nyabuna ngo bakunde ishure. Nayo abajejwe indero, bakabaronsa ibikoresho nk’imashini zifise « logiciel » isoma ivyanditse kuko amatwi akomeye vyose birashoboka.
Inyigisho n’ubufasha bw’ukuvurwa ku banyeshure bo mu kigo Saint Kizito
Abana bagendana ubumuga bwo ku mubiri  171 ku 244 nibo biga kw’ishure ryitiriwe Kizito Mweranda mu mwaka w’ishure wa 2019 – 2020. Hisunzwe ibiharuro vyakozwe, mu mwaka uheze abamugaye bamenye hagati y’ibice 70 na 80 kw’ijana. Naho biri uko, umubikira Anne Marie Mushiranzigo, umuyobozi w’iryo shure, amenyesha ko hari ibikoresho bigikenye aho hantu nk’udukinga two kwiyunguruza …
Ikigo
c’ishure citiriwe Kizito mweranda kiri mu gisagara ca Bujumbura,
muri komine Ntahangwa, zone Ngagara. Ico kigo gifise amashure
agarukira mu mwaka wa gatandatu. Cakira abana bagendana ubumuga bwo
ku mubiri n’abatabufise ariko kandi kikavura abari hagati y’imyaka
7 na 18. Mu ntumbero yo kworohereza abagendana ubumuga bahiga, iryo
shure ryarubatse amazu y’uburaro ashobora kwakira abana bashika
150.
Muri
co kigo hari abana bafise ubumuga butandukanye. Hari abafise ukuguru
kumwe, abafise ukuboko kumwe, abanyoganyoga n’abandi. Bamwe biga
bicaye mu dukinga, mu gihe abandi baba bahagatiwe na bagenzi babo
bakomeye nayo hagera kuja kwandika ku kibaho, abandi bana
bakabasunika mu dukinga.
Ko
higa abakomeye n’abamugaye, babanye gute muri ico kigo?  Franc Kigongwe yiga mu mwaka wa gatandatu kuri ico kigo. Uwo ntibikunda ko atambuka aticaye ku gakinga. Avuga ko abanye neza n’abandi bana kandi bamufasha muri vyinshi. Nk’uko avyivugira, ashatse kuja nko mu kazu k’ubwiherero, abana bakomeye ni bo bamwiyegeka bagaheza bakamujana bakongera bakamugarukana. Avuga ko bamwunganira gose ari nko mu kumwegereza utuntu tumuri kure abona ko atoshikira vuba n’ibindi.   Umubikira Anne Marie ayoboye ico kigo amenyesha ko mu ntumbero yo kubashira ku murongo umwe, igihe cose uko umwaka utanguye hama hatunganijwe inyigisho z’abana bose aho babigisha  kugira umutima w’urukundo, ugufatana mu nda igihe cose kandi bagahozako, ati:« Kubera ko hari ababa baje  kwiyandikisha ari bashasha, dutegerezwa kubigisha kubana n’abandi, mu ntumbero yo kuzitira hakiri kare, abatamugaye ntibahave babona ko umenga hari ico barusha abatamugaye gutyo bakagira akagwi kabo kandi baravyubahiriza ».   Mu
biga kuri iryo shure hari abamaze kuvurwa barakira? Umuyobozi
w’ishure avuga ko naho bigoye kwemeza ko ubumuga bwakize, hari
abamaze kuvurwa kandi barakira neza. Bonheur
Dushime ni umwana yiga mu mwaka wa gatandatu. Avuga ko akiza
gutangura ishure yariyaramugaye, ukuguru kumwe bidakunda ko atambuka
atari mu gakinga canke ngo yishimikize imbago. Ngo abonye abandi bana
bariko bariruka yumva intuntu akibaza nimba nawe bizomushobokera
akagendagenda nk’abandi. Niho munyuma amaze kuza arakurikiranwa
n’abaganga kuri ico kigo yatevye arakira, ubu akaba yiruka neza ata
n’uguhinyagara. Umuyobozi ati: « Hisunzwe uko ibiharuro vyagiye birakurikirana  ku mwaka ku mwaka, kw’ishure haravugwa abana bari  hagati ya 100 na 180 ». Yongerako ati : « Mu bisanzwe havurwa abana benshi. Ariko ntawokwemeza nk’uwahavuye acibwa ukuguru ko aba yakize naho igikorwa co kumuvura kiba cabaye. Harabaho abagororwa n’abagirishwa imyimenyerezo ifasha mu gutambuka abadakize gose bagakurikiranwa ku buryo babaho nk’abakomeye muri ubwo bumuga bwabo nyene ». Yamara
intambamyi ntizibuze Nk’uko
Mushiranzigo abimenyesha, ishure ryitiriwe Kizito mweranda, rikenera
ibikoresho vyinshi ariko kubironka ntivyoroha. Abavyeyi ico basabwa
ni amakaye, amakaramu, n’utundi twangombwa dutoduto dukenerwa
n’umwana hato na hato. Ibindi vyose bikenerwa na cane cane
ibikoresho nyunganirangingo ari nk’udukinga canke ibishigikira
amaguru, vyasabwa ko baza babisanga kw’ishure ibihasanzwe bikaba
bidakwiye. Uwo
muyobozi agashimira abagira neza badahengeshanya mu kubafata mu
mugongo nk’ishirahamwe ryo muri Suisse, World Food for the Hungry
ryabaronkeje udukinga, world Vision ndetse n’yandi mashirahamwe
yagize ico akora kuri iryo shure. Akanahamagarira n’abo bose bafise
ico bofasha mu ntumbero yo gushigikira ico kigo ko bobashigikira kuko
ibigikenewe ari vyinshi.
Tuyage ivy’agateka k’abana tubicishije mu bicapo
Vyaraye bibaye kuri uwu wa 9 Munyonyo aho abasore Daniel Kibamba, Don Kevin Habonimana na Hervé Ndayishima baronswa udushimwe kubw’ibicapo vyabo vyayaze bitagira umunwa ivy’agateka k’abana. Abo batatu batowe mu bacafyi 41 bariko barahiganwa.   Muri ivyo birori vyabereye kw’ishure ryigisha ivy’ugucapa ETSA ry’i Gitega, hari hakoraniye abatumire batandukanye nk’abari bahagarariye ishirahamwe UNICEF, Margaux Mathez-Loic na Jean Sacha Barikumutima, Isidore Nteturuye Umuremeshabikorwa w’ihuriro ry’amashirahamwe aharanira agateka k’abana Fenadeb, n’abandi. Igikorwa catunganijwe mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 30 irangiye hashizweho Amasezerano mpuzamakungu agenga agateka k’abana.
Gute amasanamu avuga?  Nk’uko Daniel Kibamba, umusore yabaye uwa mbere mu mahiganwa abisigura, umuhinga wo gushushanya agerageza gusohora ibiri muri we akabiyagira abandi abicishije mu gicapo, ababibona bakiha ishusho bo nyene y’ivyavuzwe mbere n’icigwa bakakihakura. Agira ati: «Jewe nahisemwo kwerekana ko umwana afise uburenganzira bwo kuvuzwa. Mu gihe adakurikiranwe rero, kandi kugira amagara meza vyari mu vyo afitiye uburenganzira, agateka kiwe kaba gahonyanzwe ».  Don Kevin, umunyeshure yiga kuri ETSA, mu gicapo ciwe yerekana ko kujana umwana mu ntambara ari amakosa akomeye cane kandi muri ico gihe aba ahonyangiwe agateka. Yagize ati: « Nimba urwaruka ari rwo kazoza k’ejo, kujana umwana atarakwiza imyaka 15 mu ntambara ni ukwica kazoza kiwe. Nacafye nisunze inyigisho nakuye mu vyo nasomye mu gitabu c’amategeko agenga agateka k’abana igice ca 38, ariko ndabiserurira mu bishusho kugira ngo ndabisangire n’abandi ».  Eka na Hervé Ndayishima, uwabaye uwa gatatu muri ayo mahiganwa, ngo ugucapa ni bwo buryo bumworohera bwo gushira ahabona ivyiyumviro vyiwe. Uwo avuga ko amajambo igihumbi ashobora kuyavuga mu gicapo kimwe. Mu gicapo ciwe, yipfuje ko impano yiwe yoseruka mu gushigikira no guteza imbere agateka k’umwana, abasa n’abibagiwe bagakuzwa bakaja ku rugero rumwe n’urw’abandi babayeho neza babifashijwe mwo n’ababakuriye.
Hari icigwa vyatanze ku
bandi banyeshure
Bamaze kwihweza ibicapo
vy’abahiganwe bakanyugwishwa neza ko gutanga inyigisho bishoboka
utarinze kwugurura umunwa ngo utaramure ururimi, bamwe mu banyeshure
biga kuri lycée Notre Dame de la Sagesse (LNDS) bari baje aho hantu
bahavuye bahahamira uwo mwuga.  Julès Niyokwizera yagize ati: « Iyo biba ibishoboka nahava ndavyize kuko ntahuye ukundi ko kumenya gushushanya ari ukugira ururimi rugira kabiri ». Eka na Collette Igiraneza, adashobora kuvuga, yahavanye ishaka ryo kuzokwiga ivy’ugushushanya kuko yabonye ko umuntu yavyize akabimenya yokwiyungunganya, mbere bikamuteza imbere mu buzima.
Isidore Nteturuye aserukira urunani Fenadeb akaba yakengurutse
itunganywa ry’uwo munsi mukuru aho yahamagariye urwaruka rwose guhora
baharanira agateka kabo, ndetse n’ugushira ahabona impano zabo
n’abigeme badasigaye inyuma.
Kate Sabrina Ishimwe, umwigeme yabaye uwa mbere muri Concours National 2019
Ku
myaka 15 gusa, Ishimwe yaranejereje cane abavyeyi biwe. Uwo mwigeme
yabaye uwa mbere afise amanota 191 ku 200 mu kibazo co mu w’icenda
cakozwe mu mwaka w’ishuri uheze wa 2018-2019.  Uwu rero, ngo aho
yagiye araca hose abanyeshuri bigana bari bamuzi mu kwama aba uwa
mbere mu gihe co gusomerwa amanota.
Zacharie
Nzeyimana, yamana akanyamuneza ku bw’uwo mwana wiwe. Agira ati: «
Uyu Ishimwe wanje, yama antera iteka buri igihe. Kuva agitangura mu
binyoni gushika ubu, ntarigera areka kuba uwa mbere».
Sabrina na we acumva iryo jambo aca aramwibutsa agira ati: «
Oya papa, ibuka neza. Narigeze kuba uwa kabiri niga mu mwaka wa
kabiri w’ishuri shingiro. Ni muri ca gihe nari naravunitse ukuboko
kw’iburyo bitakunda ko nandika neza. Ariko maze gukira naciye
nongera kuba uwa mbere mu gice ca nyuma kirangiza umwaka».
Urukundo
n’impanuro Ishimwe ahabwa n’umuvyeyi wiwe Zacharie, ngo ni ryo
shingiro ry’umwete uwo mwana agira mu kwiga. Nzeyimana agira ati: «
Jewe nk’umuntu yize ivyigwa vy’imibano, ndatahura ko umukobwa
wanje asanzwe afise ubumenyi bwisununuye. Ni na yo mpamvu nama
namuhanuye ko ingabire afise yoyikoresha neza mu gukunda ibikorwa
maze akaba umuntu w’agaciro mu buzima ».
Ku
bijanye n’ikibazo ca reta giheruka co mu w’icenda Ishimwe, ngo
ntiyari yiteguriye guhiganwa ku gwego rw’igihugu kuko atari azi
ubumenyi abandi banyeshuri bo ku yandi mashuri bafise. Agira ati: «
Ivy’uko noba uwa mbere mu gihugu ntivyari bindi mu mutwe. Ariko
narizera ko noshobora kuba mu ba mbere. Ivyo nkaba nabivuga nisunze
ishuri nsanzwe nigako «Lycee du Saint Esprit». Uyu
rero ngo aranibuka ko yari yarigeze kubwira se wiwe ko ashaka
kuzoronka amanota arenga canke angana n’185/200. Ayo na yo akaba
yari amanota umwana yabaye uwa mbere mu mwaka wa 2017-2018 yari
afise.
Ubwenge
n’ubugwaneza
Kuba
Ishimwe hohava haboneka abamurusha, ngo ivyo nta bwoba bimuteye kandi
ntivyomubuza kubandanya afasha abandi banyeshuri bigana. Nk’uko
anabimenyesha, ngo asanzwe afise umugwi w’abanyeshuri afasha
gusigurira ivyigwa baba bize mw’ishuri. Agira ati: «Abakobwa
bose twafashanya tuba mu ba mbere mw’ishuri. Birashika umwe muri bo
akankurikira ku rutonde rw’amanota yo mw’ishuri, ariko sinigera
niyumvira kwanka kumusigurira canke kumubwira ibitari vyo mu vy’igwa
aba adatahura neza. Ahubwo iyo ndiko ndabigisha bituma ntera iy’indi
ntambwe mu bumenyi».
Naho
Sabrina yiyumvamwo cane ibiharuro na «fiziki», ngo arafise indoto
yo kuziga ivyigwa bijanye n’amategeko. Agira ati: «
Mbaye umushingwamanza, novugira abakumiriwe. Kuko ndababazwa cane no
kubona umuntu abuzwa uburenganzira bwiwe bwo kwigwanira ».
« Naho ibibazo bitabuze, umwigisha abwirizwa kubumbatira akarangamutima mu mwuga wiwe »
Mu gihe umunsi
mpuzamakungu wahariwe umwigisha wama uhimbazwa buri wa 5 gitugutu, mu Burundi
waraye uhimbarijwe muri Mairie ya Bujumbura kuri uwu wa 31 gitugutu ku
civugo :« Abigisha bakiri bato ni bo
kazoza k’umwuga ».
Uwu munsi  uhimbajwe rero mu gihe muri
uwu mwaka habonetse abarezi bitwaye nabi mu gutwaza inda abarerwa babo , bimwe
mu vyaje bititura indero, nk’uko vyashikirijwe n’umukuru w’urunani rw’amashirahamwe
y’abigisha Cossesona, Ndabaniye Victor.  Imbere yo kwinjira  mu nyubakwa y’amakoraniro yo mu kigo c’ishure Scheppers kiri mu Nyakabiga, abigisha bahurikiye mu runani Cossesona ( Coalition Spéciale des Syndicats des Enseignants pour la Solidarité Nationale) babanje gutanga imfashanyo kuri ba ntahonikora b’imyaka yitereye bo muri zone Kinama. Iyo, ikaba yarigizwe n’itoni 5 z’umuceri ku mihana 250 (ibiro 20 kuri umwe umwe), ndetse n’amabati 120 ku mihana 4 : Itatu  yasituriwe amazu n’imvura, n’umwe w’umwigisha  akorera kuri Ecofo Carama1, nyene inzu yahiye (uwu yararonkejwe kandi akabahasha ka 100 000, ayo kugura amatanga y’inzu). Bakaba bahavuye bashika no ku bitaro vyitiriwe umwami Khaled vyo mu kamenge kuraba abagwaye baraheza basigira akabahasha k’ibihumbi 300  wa muvyeyi aheruka kwibaruka abana bafatanye, ibirori biraheza bija ku bandanirizwa mu Nyakabiga. Zimwe mu nzitizi
zihwejwe zituma akanovera k’indero gatituka Nk’uko bishikirizwa na Ndayibaniye Victor arongoye urunani
Cossesona, kuba abayobozi benshi b’amashure bagenwa hatisunzwe ubuhinga ariko
hisunzwe ico bamaze muri Politike, ngo ni imwe mu ntambamyi zikomeye cane
zicibonekeza mu gihugu. Akagira ati : «Umuyobozi w’ishure yategerezwa kuba umuhinga ashobora gufasha abigisha
nko mu kuberekera ingene bakwiye gukora, mu gihe badakurikiza intambuko  canke ubuhinga bw’ugutanga ubumenyi.Gute none
azomukebura nawe ubwiwe atazi ivyo arimwo »? Aho, akaba atera akamo reta,
ayisaba ko vyohinduka.  Victor arahindukirira
na bamwe mu bigisha bimaze iminsi bigaragara ko bibagira ico bari  bagahemuka : «Hari abafatwa bahemutse, bagashurashuza abarerwa babo, hakaba
n’abagitanga amanota abatayakoreye gutyo bakunguruzwa bidakwiye ».
Agasaba reta n’inzego zijejwe umutekano ko zohora zikora ico zijejwe mu gihe
hibonekeje uwafatiwe mu vyaha bene ivyo mbere bishoboka imanza nk’izo zigacibwa
ikibiriraho. Nayo umushikiranganji w’indero Janvière  Ndirahisha, mw’ijambo yashikirije abicishije
kuri Hermenegilde Burikukiye, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji
bw’indero, yasavye umurezi wese kwiyubara, kwiyubaha, kwiyubahisha no guha
agaciro umwuga wiwe. Ivyo na vyo bigashoboka mu gihe ingeso zose zinyuranye
n’akarangamutima k’umwuga zoranduranwa n’imizi. Victor Ndayibaniye rero akaba yarangije asaba reta ko, mu
ntumbero yo gusubiza agateka umwigisha no kumushigikira, hakwiye kwama
hashikirizwa ijambo n’umukuru w’igihugu buri wa 5 gitugutu uko umwaka utashe
mbere hagatangwa n’akaruhuko. Nayo umwigisha nyakuri ngo ni uwugendera
akarangamutima k’umurezi haba mu bihe bigumye canke vyoroshe, mu gihe yigisha
na ho, agatanga ubumenyi bukwiye vy’ukuri nk’uko na we yabuhawe.
Ishure ry’akarorero rya Ngagara, irya mbere mu Burundi mu kibazo ca reta c’umwaka w’ishuri wa 2018-2019
Ishuri ry’akarorero rya Ngagara ni ryo ryabaye irya mbere mu mashuri yose yo mu Burundi mu kibazo ca reta gitanga uburenganzira bwo kwinjira mu gice ca kabiri c’inyuma y’ishuri shingiro. Ni mugihe ico kibazo cakozwe ubwa mbere n’abanyeshuri batanguranye n’umugambi w’inyigisho z’akarorero mu mwaka w’ishuri wa 2016-2017. Ishuri
ry’akarorero rya Ngagara ni rimwe mu mashuri atandatu y’akarorero yatangujwe mu
Burundi mu mwaka wa 2016-2017. Ayo na yo akaba ari: ishure Musenyi riri mu
ntara ya Ngozi, Notre Dame de la Sagesse ry’i Gitega, Kiremba ry’i Bururi,
Rusengo yo mu Ruyigi, Saint Marc hamwe na Ngagara ziri mu gisagara ca Bujumbura. Nk’uko bishikirizwa na Tharcisse Bendantunguka, umuyobozi w’ishuri ry’akarorero rya Ngagara, mu banyeshuri 47 bari biga mu mwaka w’icenda ari n’abo bakoze ikibazo ca reta mu mwaka uheze, bose baramenye ku rugero rushimishije. Muri bo, 4 baserutse mu banyeshuri cumi ba mbere ku rwego rw’igihugu. 8 bamenye bafise amanota ashika 90%, hama 33 bamenya bafise ayarenga 80%, na yo 1 amenya afise 74%, mu gihe uwa nyuma yamenye afise amanota 60%. Iryo shuri rero ngo rikaba ryamenye rifise amanota 83.4%, amanota atari bwigere abaho, nk’uko uwo muyobozi avyishimira. Bendantunguka avuga ko ico kibanza kitiyadukije ahubwo carondewe. Agira ati: « Dufise abigisha bamenyereye akazi, bafise ubwira kandi bitanga mu gukurikirana abanyeshuri. Igishimishije kandi n’uko n’abavyeyi babandanya gukurikirana abana babo gutyo bakagumiza umutima ku vyigwa. Turabamenyereza kuguma tubaha utubazo twinshi, canecane tugashimika kuri vya bibazo vy’imyimenyerezo (épreuve-types) bitegura ikibazo ca reta ». N’umunezero mwinshi, uwo muyobozi avuga ko ico kibanza ca mbere yari aciteze. Ivyo rero akavyemeza afatiye ku kuntu ari bo bari babaye aba mbere mu gisagara ca Bujumbura muri vya bibazo bibanziriza ikibazo ca reta. Akanizera kandi ko bazokigumana no muri uwu mwaka w’ishuri wa 2019-2020. Woba
wari uzi kahise k’ishuri ry’akarorero rya Ngagara? Ishure rya Ngagara ryahoze ryitwa ishure nderabigisha rya reta. Ryatangujwe mu Burundi mu mwaka 1955 biturutse k’umwami Mwambutsa IV. Rikaba ryari ryashinzwe mu ntumbero yo kworohereza abatari abakirisu kuronka inyigisho. Iryo shure ryahoze ryitwa « Groupe Scolaire Officiel Laïc », rikaba ryari risanzwe rikorera muri karitiye ya 2. Iryo rero ryahurumbirwa cane n’abanyeshure b’aba congomani hamwe n’abanyarwanda gusumba abanyeshure b’abarundi. Mu 1959 iryo shure ryarungururije mu nyubakwa nshasha risanzwe rikoreramwo gushika ubu. Mu 1961 ryarahinduye izina ryitwa « Athénée Ngagara ». Mu 1963 naho nyene ryarahinduye izina ryitwa Ishure nderabigisha rya Reta (ENE). Mu 1984 hamaze gushingwa amashure nderabigisha menshi mu Burundi, iryo shure ryaciye ryitwa Ishure ryisumbuye rya Ngagara. Muri rusangi iryo shure rimaze kuyoborwa na Bayobozi 17. Imbere ya 1972 ryayoborwa n’abazungu. Kuri iryo shure hamye higa abakobwa n’abahungu, nk’uko vyashikirijwe na Samuel Nduwingoma umukurambere wo kuri iryo shuri.
Bigenda gute ngo umwigisha akubite umwana gushika aho apfa ?
Mugihe abarezi bo kuri Ecofo Carama I n’abavyeyi ba Chadia Nishimwe bariko batanako amakosa kumvo nyakuri yakweze urupfu rw’uyo mwana, Sœur Marie Claire Kantungeko arongoye Centre de Santé de Kinama bari bagiye kuvurizako ico kibondo arabatatura ati « umwana yashitse kwa muganga yacikanye » Ivyo yabivuga mugihe yariko arisigura ku ruhara ivuriro atwara ryagize mu rupfu rwa Chadia aho ryagirizwa  n’umwe mu ba collègues ba Lodie Nitereka, umwigisha yakubise uwo mwana gushika aho yicwa n’inkoni. Uwo mu collègue wewe avuga ko umwana yashitse kwa muganga agikomeye. Bisigura ko les responsables de la mort de Chadia ari Inakuru w’uyo mwana yoba yatelefonye abari batwaye Chadia kwa muganga akabihanikiriza ngo ntihagire urushinge canke umuti wo muri médecine moderne bamutera canke bamuha, abaganga nabo bakamwumvira (ce qui serait une faute professionnelle grave de la part des médecins). Uretse uwo muco watanzwe n’uwo mubikira atwara iyo centre de santé, kubw’umuvyeyi hoho, ni nko gushinga icumu mu gikomere. Tumusanze aho asanzwe aba kuri 15ème avenue muri quartier Bubanza zone Kinama, n’umujinya mwinshi uvanze n’akabonge yabajije ati « uwo inakuru yava hehe ko ata n’umwe yari agifise ? » Tukiri ngaho, umwigisha amaze kubesha ibintu bibiri. Icambere umwana yacikanye atarashika kwa muganga. kandi ntawa telefonye kuko uwo bita inakuru wa Chadia ntabaho. « Mbega hoho uyo inakuru niyaba ahari yari kubimenya abikuye he ko twaje kumenya iyo nkuru mbi saa kumi umwana yapfuye saa tanu ? » Muti none ico twokwita « isanganya », nubwo bigoye gusigura ukuntu umwigisha ashobora gukubita umwana gushika ahapfa, coba cashitse gute ? Uko vyagenze Uwo mwigisha yakorana n’uwaguweko n’ako kabi kabishe aratwiganira uko vyagenze. « Vyabaye lundi 29/10, mu ma saa tanu inyuma gato yaho Lodie Nitereka umwigisha wo muri 5ème fondamental kuri Ecofo Carama yarahejeje guhana abana batakoze d.à.d. Chadia Nishimwe yari umwe muri abo. Lodie yabaye ahejeje kubacishako akanywafu nywafu abana baca basubira mu bibanza kwicara umwigisha nawe acabandanya kwigisha.  Niho haheze akanya ngo yumvise abanyeshure bamuhamagara ko Chadia ariko arajugumira. Agiye kuraba asanga yafashwe n’ntandara. Baragerageza kumugirira secourisme biranka. La direction de l’école ibonye ko aguma aremba, niho yafashe ingingo yo kumutwara kwa muganga. Bakiri mu nzira, inakuru wiwe niho yashika kw’ishure kumuraba amaze kumenya ko arwaye. Yaciye atelefona abari bamutwaye kwa muganga ngo ntibahirahire bamutere urushinge rwo kwa muganga.N’uko rero ntibabaye bakimukorako, baje kumuvura basanga akaba kamaze kuba« . N’ubwo umuvyeyi adahakana uko bimwe bimwe vyoba vyaragenze, arabeshuza ibintu bibiri: primo, umwana nta ntandara yari agwaye. Na rya jwi ry’akababaro avuga ati «  Nitwaba twebwe twobesha, nibabaze abigisha bamwigishije mu myaka y’imbere bumve ko hari uwoba yarabonye zimufata na rimwe». Secundo, selon toujours le papa de la fillette, cette dernière ntiyakubiswe akanywafu nywafu gusa: « Nibareke kubesha umwana yarakubiswe arababazwa. Ntawomenya inkoni yakubiswe uko zingana ariko  traces zibiri zozo ziraboneka, imwe  kw’izosi iyindi mu mafyigo. Ushima, turiko turoza ikiziga, amaraso yavuriranye yaca mu mazuru, bigaragara ko yaviriye indani ».  Gushika iyi saha abantu bane barafunzwe. Nkuko twavyiganiwe na chef de poste de la police muri zone Kinama, igipolisi camenye ivy’urwo rupfu mu ma saa kumi. Chef de poste ati: « twaciye tunyarukira kuri iryo shure kugira amatohoza ariko twasanze uwo mwigisha Lodie Nitereka yamaze guhunga. ». Umuntu agerageje kwiyumvira insiguro y’icatumye haca amasaha ashika atanu imbere yuko police n’umuryango babimenya, yohava yiyumvira ko itoroka rya Lodie hari abarifisemwo uruhara. N’igipolisi nticashize amazinda: « Ivyo biri mu vyatumye ahanini directrice w’iryo shure na maitresse principale bafungwa ku mvo z’amatohoza ». Muti abo bandi babiri ni bande ? Ni aba membres ba famille ya Chadia boba bagize uruhara mu kajagari kabereye kuri iryo shure mu gatondo ka mardi le 29/10 aho bari batondanye n’ikiziga. « Iyo tutabatesha hoho bari bateguye ku défila n’ikiziga muri quartier. » Uwo ni chef de poste abandanya atuyagira. Abo bafunzwe umwe n’umu chauffeur w’imodoka yazanye ikiziga kw’ishure, uwundi n’uwateye amabuye igihe bari bugarije iryo shure. Tubajije umwe mu bari muri ako kajagari icatumye bugariza ishure, yatwishuye ati: « Twe tumaze kwumva ko ishure ryabandanije ibikorwa ukuri kwamye, twatwawe n’agashavu. Ni gute ishure ryobura umwana ntiryifatanye n’umuryango wabuze ? Tureke uwo yapfiriye kw’ishure, n’uwapfiriye muhira, tumenyereye ko ahandi batanga congé abana bahora bigana n’abigisha bakamusezera ».
Dr. Kiremwa
30 octobre 2019 at 8 h 52 min											 Iyo nkuru irababaje cane mwakoze kuyica hirya no hino kugira tumenye bimwe muvyakozwe nivyavuzwe. Rero turahojeje umuryango ishure n’igihugu.
Ubwa kabiri akamo twogatera abigisha canke abandi bantu bagikinisha inkoni canke ikindi cose gitosekaza iteka ry’uwari wese ikitavuzwe coco n’umwana. Uretse yuko vyaciwe n’Umukuru w’igihugu,iyo bishitse naho utoba wamubabaje gushika yaho bimuviramwo urupfu umenyeko atagiheza ngo kikweze. Twese Aho dukorera birashobora kudushikira ariko vyiza twokwigumanya tugakora ivyo dushobora kwemanga. Murakoze.
Umugambi w’inyigisho zidakumira kw’ishure FOREAMI
Inyuma y’ukwezi kurenga umwaka w’ishuri wa 2019-2020 utanguye, abanyeshuri barenga 1000 ni bo biyandikisha kw’ishuri Foreami. Abashika 45 muri bo, bagendana ubumuga butandukanye. Baba abakomenye canke abamugaye bose bahurira mu birasi bakigana, akaba ari mu ntumbero yo gutsimbataza umugambi w’inyigisho zidakumira (Plan Educatif Inclusif). Bishikirizwa na Marceline umuyobozi w’iryo shuri. Nta mwana n’ikinono. Uwo ari we wese
yaba uwugendana ubumuga canke uwukomeye bose barafise uburenganzira bwo kwiga.
Igishimishije cane ni uko abo bose bashobora kwigana kandi bose bakunguruzwa
ata kibazo. Ivyo ni ko biri kw’ishuri Foreami riri mu Buyenzi hepfo gato
y’ikigo cigisha ivy’ubuvuzi INSP. Abanyeshuri batandukanye, abakomeye n’abamugaye
usanga bicaranye abandi bakina. Eka mu vy’ukuri urabona ko inyigisho idakumira
yamaze kwinjira kuri iryo shuri. Kanatsinda riri mu mashure ya mbere yatangurijwemwo
uwo mu gambi (Ecole pilote à éducation inclusive).  Nk’uko Marceline umuyobozi w’iryo shuri abishikiriza, muri uwu mwaka  wa 2019-2020, ibitigiri vy’abana bose hamwe birarenga 1310. Muri bo, abashika 45 bagendana ubumuga butandukanye. Ubwo na bwo, ngo bwibonekeza mu mice itatu: Hari abafise ubumuga bushingiye ku bwenge. Aba rero akenshi ngo usanga baguma bacira inkonda, batavuga canke ngo bumve neza hamwe n’abataguma hamwe baguma bazungazunga. Hari abamugaye ibihimba vy’umubiri ari nk’ijisho, amaguru canke amaboko, hamwe rero n’abo ubwo bumuga bwose buhurirako (situation d’handicap compliqué). Kw’ishuri abagendana
ubumuga bafatwa gute? Nk’uko bishikirizwa na Niyuhire Marie
umwigisha kuri iryo shuri, ngo habanje kubaho inyigisho ku barezi no kubana zatanzwe
n’ishirahamwe ‘Handicap International’ kugira babakuremwo agatima ko kwinuba
abana bagendana ubumuga. Agira ati: « Abamugaye
bagitangura kuza kwiga, abana barabatinya, bakabinuba. Ariko twebwe abarezi,
twaca tubiyegereza, tukabaganiriza, tukabicara iruhande kugira n’abandi
banyeshuri bigana babone ko abo bamugaye badatandukanye na bo ».  Yongerako ati: « Ndafise umunyeshuri mu wa gatanu atabona neza, kubera ukuntu
ndamukurikirana mu bumuga bwiwe n’abanyeshuri baboneyeho akaryo keza ko
kumwiyegereza.Yiyicariye mu bandi n’amarori yiwe, ntiwomenya ko ahwihwisha mu kuraba.
Kuri iri shuri nyene, hari n’uwundi agendana ubumuga bw’amaguru n’amaboko. Abavyeyi
biwe bakimushikana, abana bigana ni bo baciye baza baramwitwararika,
bakamuheka, bakamujana aho abasavye hose nko gukina canke mu kazu ka surwumwe.
No kuva aho aronkeye agakinga agahawe n’iryo shirahamwe ryatanze inyigisho, abo
bigana baratanguranwa kumutembereza, kumwinjiza mw’ishuri no kumutahana i
muhira». Ubwo bariga bakamenya? Nk’uko Niyuhire abandanya abivuga,
ngo abo bana bamugaye, barafise ingene babakurikirana. Ukumenya kwabo kuvana
n’ihangiro umwigisha aba yarihaye ashaka kubashikanako. Nk’iyo uwo mwana afise
ikibazo co kutaguma hamwe kandi akaguma acira urukonda ahari hose, umurezi
arashobora kwiha ihangiro ry’uko umwaka uzohera yicara agatekana kandi yamenye
kwihanagura inkonda. Iryo hangiro arishikije uwo munyeshure aca yunguruzwa
nk’abandi. Arangiza avuga ko iyo ari umunyeshure atavuga kandi ntiyumve neza,
bamwicarikana n’umwana aza aramwereka ivyo umwigisha avuze. Gutera imbere
kw’abamugaye bagukesha ukwitanga kw’abanyeshuri bakomeye n’abigisha bose hamwe. Kubera ko bene abo bana rimwe na
rimwe usanga batimukira ku manota amwe n’aya bandi bakomeye, iyo bageze mu
bibazo vya reta ntibaheza ngo bunguruzwe bikaba ngombwa ko basibira. Marceline
avuga ko hari hakwiye kubaho iyindi ndingazo y’abo bana kugira bace bajanwa mu
bindi bigo, ari nk’ivy’imyuga bagahurirayo n’abandi bakomeye, gutyo bagume
bisanga mu bandi.
Mu Burundi, abakobwa bababa 1 500 000 ni bo bari ku ntebe y’ishure mu mwaka wa 2017-2018
Kw’igenekerezo
rya 11 Gitugutu hama hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe umwigeme. Ivyo
biri uko mu gihe aho hambere hahise, abakobwa batafatwa kumwe n’abahungu. Hari
ibintu vyinshi imico itemerera umukobwa gukora kuko yaboneka nk’uwudashoboye.
N’amashure akiza, abantu bihutiye kubona ko ari ay’abahungu gusa ko ata mwana
w’umukobwa yoyashobora. Ariko muri iki gihe ho, abigeme basigaye bafise
uburenganzira bumwe n’ubwa basaza babo, kanatsinda ubu no kw’ishure ni bo
benshi kurusha abahungu.  Mu
mashure y’ibinyoni (Gardienne) Abana b’abigeme biga mu mashuri ya reta atangurira umwaka wa mbere wa matomato bagera 39 056 mu gihe abahungu bangana 37 502. Mu y’abigenga abakobwa ni 15 400, abahungu ni 15 633. Igitigiri c’abanyeshuri bose hamwe biga mu binyoni muri uwo mwaka haba mu mashure ya reta canke ay’abigenga bangana na 107 591, abakobwa bakaba barenga 50%.  Mu
mashure shingiro Mu Burundi, ibitigiri vy’abana b’abigeme biga mu mashure shingiro biza naho nyene imbere y’ivy’abahungu. Muya Reta, abakobwa bangana 1 204 748 mu gihe abahungu bangana 1 171 288. Nayo mu y’abigenga abakobwa ni 25 912, abahungu 25 479. Ibitigiri vyose hamwe vy’abana biga mu mashure shingiro yaba aya reta canke ay’abigenga bikangana 2 427 427, abakobwa nahone barenga ibice 50%. Mu mashure akurikira ishure shingiro Naho
nyene abakobwa ntibatanzwe muri ayo mashure kuko abiga mu mashure ya reta
bangana 175 847 mu gihe abahungu ari 165 246. Mu y’abigenga, abakobwa bashika 4
625, abahungu na bo 4 406. Ibitigiri vyose hamwe ni 350 124, abakobwa
bakaba bababa ibice 52%. Mu
mashure y’imyuga ya reta y’inyuma y’ishure shingiro naho abigeme bangana  13 688, abahungu nabo  20 939, mu gihe mu y’abigenga abakobwa ari 19
151 ku bahungu 15 053. Bose hamwe rero bakaba bangana 68.831, bagizwe
n’abakobwa ibice 48%. Nkuko
rero icegeranyo c’ibitigiri vy’abanyeshuri bari kw’ishure mu mwaka w’ishure wa
2017-2018 cashikirijwe n’ubushikiranganji bw’indero kivyerekana, abigeme bari
ku ntebe y’ishure basumba abahungu ku bitigiri vyababa ibihumbi 43 000, kuko
kuva muri gardienne gushika mu mashure y’inyuma y’ishure shingiro abakobwa
bangana 1 498 427 mu gihe abahungu ari 1 455 529.
«Abigisha baheruka gukarihirizwa ubwenge bagiye kuronswa amahera y’impamba yabo yose »
Mu gihe abigisha bo mu myaka ya mbere y’ishure shingiro bari bamaze iminsi bidoga ko batahawe amafaranga yabo yo gukurikirana inyigisho nkarishabwenge yari yabategekanirijwe, Edouard Juma avugira ubushikiranganji bw’indero n’inyigisho z’imyuga aratanga umuco. Avuga ko utunenge twibonekeje ku ntonde, aho hari abatisanzeko bivuye k’ukwihenda canke ugusubiriza bamwe bitamenyeshejwe. Ivyo bikaba vyatumye ukubaha amahera yose bakoreye biteba ariko rero agahumuriza abo bigisha ko mu ndwi iza igice c’amafaranga casigaye bazokironswa. Hari ku wa 2 Gitugutu, aho Juma Edouard yaha ikiganiro abamenyeshamakuru mu ntumbero yo guhumuriza abigisha batahawe udufaranga twabo yongera anatanga umuco w’ingene ibintu vyagenze.  Yagize ati: « Ni vyo utunenge twarahabaye, ariko  twavuye ku kuntu intonde z’abigisha baje gukurikirana inyigisho zitahuye n’izari zatanzwe ubwa mbere. Ivyo rero biraheza bitera ingorane ku buryo mbere  batashoboye kuronswa amafaranga  ku gihe nk’uko vyari vyategekanijwe. Ababijejwe rero barinze gusubiramwo intonde zose, ikomine imwe ku yindi, kugira ngo abo bashasha binjiye muri izo ntonde babashire ku ruhande baheze bihweze ivyabo mu nyuma». Akamenyesha rero ko ico gikorwa cafashe umwanya bituma amahera adasohoka ku gihe, ariko babaye bararonswa igice c’ayo bari bakoreye. Akavuga ko ababijejwe bahejeje kubitunganya, ko igice cari gisigaye kizotangura gutangwa mu ndwi iza. Izo nyigisho
zahawe abangana gute? Nkuko Juma abimenyesha, ngo Reta
y’Uburundi yararonse imfashanyo y’ibanki y’isi yose yaje gushigikira ishirwa mu
ngiro ry’umugambi w’ishure shingiro. Uwu na wo ukaba uheruka gutandukira umwaka
wa mbere. Akavuga  ko uwo mugambi ufise
inkingi zijanye n’ibikorwa uzorangura. Imwe muri izo ni iyo gushigikira
abigisha mu kubakarihiriza ubwenge, no mu kubegera kugira ngo babafashe
gutahura no gukoresha bisanzuye izo ndinganizo z’inyigisho nshasha. Ku bw’ivyo
rero ngo haratunganijwe ibikorwa vy’inyigisho zo gukarihiriza ubwenge abigisha
bo mu mwaka wa mbere vyabereye mu makomine yose y’igihugu. Abigisha bakurikiye
izo nyigisho, bakaba barenga ibihumbi 9, harimwo n’abayobozi barenga ibihumbi 4
hamwe na bamwe babunganira bita aba ‘Maîtres Responsables’. Izo nyigisho  zamaze iminsi 14 kandi muri rusangi ngo
zagenze neza mu gihugu cose naho utunenge tutabuze. Ubushikiranganji bw’indero rero ngo bugiye kwifatira mu minwe ico kibazo, kuko ngo butazokwemera ingendo yose yoza ibera intambamyi ishirwa mu ngiro ry’umugambi w’inyigisho shingiro, kuko biheza bigatosekaza umubano mwiza bwari bufitaniye n’ababafasha. Ku bw’ivyo ngo  bwiyemeje ko inyigisho zizokurikira zizotunganywa neza ku buryo utunenge twose twagiye turibonekeza tutazosubira kubaho kugira ibikorwa bizogende uko bikwiriye.
Ku mashure amw’amwe yo mu gisagara ca Bujumbura, abanyeshure biga barambije hasi
Mu gihe
haciye iminsi mike gusa umwaka w’ishure wa 2019-2020 utanguye, mu gisagara ca
Bujumbura haribonekeza ubwinshi bw’abana mu mashure amw’amwe, ivyo na vyo bigatuma
hari abiga bicaye hasi. Ikinyamakuru Jimbere caragendeye amwe muri yo
baratuyagira ibitari bike. Kw’ishure shingiro rya Gasenyi II riri muri komine Ntahangwa, ucinjira mu birasi bimwe bimwe usanga abanyeshure bamwe bagandagaje hasi bararamura amaso bagerageza gukurikira ivyo umwigisha aba ariko arandika ku kibaho. Abandi na bo baba barundanye ku dutebe duke duhari. Hari abaruha bakegamira ibihome abandi bakaryamanako. Ivyo rero bikaba biva ku bukene bw’intebe zidakwira ibitigiri vy’abanyeshuri bahiga.  Rurihose Béatrice ni umwigisha mu mwaka wa kane kuri iryo shure, avuga ko afise abana benshi mw’ishuri kandi ata ntebe bafise babicarikako. Agira ati : « Mfise abanyeshuri 63, abahungu 28 n’abakobwa 35. Abo rero mu kwicara barakurakuranwa uko haca imisi ibiri. Ku bw’ivyo abo bana ntibiborohera mu gihe baba bariko bariga bicaye hasi, kubera ko biruhisha umugongo n’igikanu». Uwo mwigisha akaba afise n’impungege z’uko bashobora kurwara indwara zifatira ku mwanda biturutse ku kuntu baguma bakora hasi bakongera bakikora no ku munwa. Vyongeye ngo n’ibitabo birahononekarira kuko baguma babitagaguza hasi.  Mbazimana Espérance hamwe na Sindayigaya Chris
biga mu wa kane kuri iryo shure. Kuba baje gutangura bagasanga biga bicaye hasi
ngo vyarababaje cane kuko ngo hagera gutaha barushe kandi basanzwe banibera
kure. Bagira bati :« Ntibitworohera
na gato. Amagara yacu arahasinzikarira cane. Umugongo, igikanu, … hagera
gusohoka tutiyegura umubiri wose kubera uburuhe. Imicafu yo ku mubiri no ku
mpuzu yoyo ntitukiyivuga kuko abavyeyi twabamazeko udufaranga twokwama baguze
amasabuni ya buri gihe ».  Ahandi ho bimeze gute ? Ikinyamakuru
Jimbere caraciye no kw’ishure shingiro rya Bassin II riri muri zone Buyenzi
hamwe na Musaga I, asanzwe na yo nyene yibonekezako ubwinshi bw’abanyeshure.  Kuri ayo mashuri rero n’ubwo twasanze abana
bashobora kuronka intebe babandanirako, ngo zaracotse ntizigikomeye bama bariko
barasanasana izavunaguritse kugira iminsi ibe iricuma, nk’uko bishikirizwa
n’abigisha bo kuri ayo mashuri. Banavuga kandi ko kubera kutagira aho bicarika
abana, vyatumye hari abanyeshuri bankirwa kwandikwa kandi bipfuza kuhiga. Iyo rero umunyeshure aticaye neza mw’ishure ntashobora gukurikirana neza ivyigwa. Yama afise intege nke mw’ishuri zituruka ku buruhe, hari abiryamira hasi, abisinzirirako eka hari n’abasiba mw’ishuri kuko baba babona ko naho botonda birirwa nabi. Vyongeye ngo n’abarezi ntibiheza ngo biborohere mu kubakurikirana nk’uko bikwiye. Abarezi bo kuri ayo mashuri bakaba basaba ababijejwe ko bobaronsa intebe zikwiye hamwe n’ibitabo kugira abanyeshure bige atankomanzi.  Inkuru yatororokanijwe na Gisèle Uwimana, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.
Muri Reta bati « abana 4.000 baramaze kuva mw’ibarabara »
Inyuma
y’umugambi wo gukura abana basegerereza mu bisagara, benshi muri bo
barasubijwe mu miryango abandi basubizwa mu ma shure. Muti none
bigeze hehe ? Ikinyamakuru Jimbere caregereye bamwe mu bana
bahoze mw’ibarabara hamwe n’abavyeyi baratuyagira ubuzima babayemwo
ubu. Kuva mu mwaka w’ 2016, Reta y’Uburundi ifatikanije n’amwe mu mashirahamwe yitaho agateka k’abana akorera mu Burundi barashizeho umugambi wo gukura abana basegerereza canke baba mw’ibarabara. Si agaseseshwarumuri abana bari mw’ibarabara ico gihe, baguma biyongera uko bukeye n’uko bwije. Mu matohoza yakorewe mu bisagara vya Bujumbura, Gitega, Ngozi na Kayanza mu mwaka w’ 2010, yerekanye ko abana barenga 3260 ari bo bari mw’ibarabara kandi akerekana ko atagikozwe vuba na vuba ico gitigiri cari kigiye kwongerekana. Uwo mugambi umaze kuja mu ngiro, ibitigiri vy’abana bari mw’ibarabara vyaragabanutse. Abahora banyuragirana mu bibanza bitandukanye vyo mu gisagara ca Bujumbura, canecane ku gituro c’amabisi, mu buriro no mu bunywero butandukanye aho wasanga bagandagaje k’ubwinjiriro barindiriye gusega abinjira n’abasohoka baragabanutse. Ivyo bikemezwa na Ignace Ntawembarira asanzwe atwara igisata kiraba abana n’imiryango mu Bushikiranganji bw’agateka ka zina muntu, imibano n’iterambere ridakumira aho avuga ko abana bababa 4.000 ari bo boba bamaze gukurwa mw’ibarabara.   Ni
igiki gituma abana baja mw’ibarabara ? Ubukene buri mu miryango, ukutitabwaho n’abavyeyi ni bimwe muri bikuru bikuru bikunda gutuma abana bata imiryango yabo hama bakaza kugira uburaro n’uburamuko ibarabara. Nadia umwana w’umwigeme w’imyaka 12, ni umwe muri benshi birirwa gusegerereza mw’ibarabara imbere yuko uwo mugambi uja mungiro. Agira ati :«Twava mu Buterere hamwe n’uwundi mugenzi wanje w’umukobwa tugiye gusega hagati mu gisagara ca Bujumbura . Hari igihe twaronka ikindi gihe naho tukabura. Ayo naronse nayakoresha mu gusuma ivyo dufungura muhira canke mu kuyagura uduhuzu canke uturato. Ariko kenshi papa izo mpuzu n’ibirato nasanga yabigurishije. Hari igihe nigeze kumufata agiye kugurisha ikanzu zibiri nari naguze nca ndabibwira umupolisi twari duhuye ndiko ndamwirukako na we yanyishuye ngo wewe uracari umwana ntushobora kwitwarira umuvyeyi ». Alain
Boris Ntirandekura asanzwe ari mw’ihuriro ry’abana ku rwego
rw’igihugu Foneb avuga ati : «
Igihe cose twagiye kuraba abana bo mw’ibarabara bagaruka kw’ijambo
ubukene: ngo sinogenda kw’ishure nshonje, sinogenda kw’ishure
ntafise impuzu… » Arongera ati : « Ntawovuga ko ari ubukene gusa butuma abana baja mw’ibarabara hariho kandi n’ikibazo c’indyane usanga ziri mu miryango aho ushobora kubona abavyeyi bama bariko bararwana. Ivyo na vyo birashobora gutuma umwana yiyumvira kuhava akigira mw’ibarabara. Ikindi tutokwirengagiza ni ubugaba bw’abana, ico nokwita agakuku. Aho usanga umwana abonye bagenzi biwe basigaye bari mw’ibarabara na we ngo natanzwe ! Agaca abakurikira. Ikibabaje rero ni uko bene abo bana usanga akenshi ataco baba bari babuze muhira iwabo ». 🔴📚"#Korako": Isekeza ryo kwegeranya imfashanyo y’amakaye izohabwa abanyeshuri 300 ba ntahonikora bo mu ntara ya Bujumbura Rural na @MairieBujumbura https://t.co/Leq4lrRpLv#Burundi #school #schoollife pic.twitter.com/gMsqgfDyT9 Amashirahamwe arafasha  Kuva aho Reta ishiriyeho umugambi wo gusubiza abana mu miryango yabo, hari amashiramwe menshi yagiyeho ngo afashe bene abo bana canecane mu bijanye no gusubira kw’ishure. Aha twovuga ishirahamwe JSBM (Jeunesse au service d’un Burundi meilleur) mu mugambi bise ‘Nanje Nobaho’ ari na wo washoboye gufasha Nadia co kimwe n’abagenziwe 133. Ruremesha
Hugues Hardy arongoye JSBM avuga ko abo bana babafasha mu buryo 4 ari
bwo : gusubira kw’ishure, kubazanira abahinga mu bijanye n’inyifato
kugira babumvirize banabafashe kubakuramwo ingeso mbi baba barakuye
mw’ibarabara, kubasubiririmwo ivyo baba bize kw’ishure no
gushigikira abavyeyi babo bana mu bijanye no kwiyungunganya
babicishije mu kuziganya no kuguranana ivyo na vyo bica bituma
abavyeyi baronka ukwo bafungurira abana babo hama ba bana bahora baja
gusegerereza kubera inzara ntibabe bakibaho. Baba
abana ndetse n’abavyeyi bafashwa n’uwo mugambi, barashima aho
babakuye naho bamaze kubageza mu kiringo c’imyaka 2. Nadia agira
ati : «
Baranyandikishije muri komine bongera baranjana kw’ishure». Isabelle
Ngendakumana umwe mu bakenyezi bafise abana bafashwa n’umugambi
‘Nanje Nobaho’ avuga ati:
«Akenshi
abavyeyi twasanze tutitaho abana bacu, twatwarwa n’ibitagira
akamaro, ariko kuva aho  duhuriye n’ishirahamwe JSBM twarahawe
inyigisho zidukuramwo ubugaba twari dufise. Baranadufashije mu kuduha
imitahe yo kwiyungunganya kugira dushobore kuronka ingene tubeshaho
imiryango yacu. Ku bwanje novuga ko Nanje Nobaho atari umuvyeyi waba
bana gusa ahubwo na twebwe irahindukira ikadufasha ». N’ubwo
ibitari bike vyakozwe mu bijanye no gukura abana mw’ibarabara,
abatari bake baracaririmwo. Ku bw’ivyo, Reta hamwe n’amashirahamwe
yitwararika abana arakwiye guhagukira ico kibazo maze abana bakajanwa
kw’ishuri bakanitwararikwa n’abavyeyi babo nk’uko biri mu
mategeko mpuzamakungu yubahiriza agateka kabana. Inkuru yatororokanijwe na Chancelle Bamuhaye, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.
Burundi : abagendana ubumuga baracahura n’intambamyi kw’ishure
Kudahabwa agaciro aho baherereye, kubura vyankenerwa, kwiga ntibaronke ubuzi, ni bimwe mu bibazo abagendana ubumuga bagira bigatuma batiga ngo batere intambwe nk’abandi. Vyashikirijwe mu ruganda rwo guhanahana ivyiyumviro ku ndero idakumira, rwatunganijwe n’ikinyamakuru Jimbere, gifashwe mu mugongo na « Coopération Française » mu ntumbero yo kurabira hamwe ibimaze gukorwa hamwe n’ivyokorwa mu guha ikibanza gishemeye igisata c’indero idakumira mu Burundi.  Kuri uwu wa 18 Nyakanga , ikinyamakuru Jimbere cakoresheje uruganda rushingiye ku ndero y’abagendana ubumuga mu Burundi. Hari kuri Martha  Hotel aho  abatumire   nka Ruben Karorero yaserukiye ubushikiranganji bw’indero, Nusura Hassan, umuyobozi w’ishure nderabigisha ENS, Emmanuel Ndayipfukamiye, aserukira imbere y’amategeko ihuriro ry’ibigo vy’abagendana ubumuga mu Burundi RCPHB, umukuru w’ishirahamwe riharanira agateka k’abanyamwema OPAB, Moïse Nkengurutse  baribakoranye tutibagiye abagendana ubumuga bahurikiye mu mashirahamwe atandukanye. Zimwe mu nzitizi
zashikirijwe  Moïse Nkengurutse ni umunyamwema . Amenyesha ko kuba hakiri
abanyeshure n’abigisha  bakibafata nk’uko
umenga si abantu nk’abandi ngo bituma adebukirwa mbere n’agatima ko kubandanya
ishure kagateba kagahera. Akagira ati :« Ubunyamwema bufata urukoba
ariko mu mutwe ntibushikayo ». Akavuga rero ko abo bose
bakibabona nk’abakehabwenge, ko bihenda. Yitanzeko akarorero aho yamenyesheje
ko yarangije ishure nderabigisha ENS kandi adasubiyemwo.  Ruben Karorero aserukira imbere y’amategeko ihuriro ry’ibigo vy’abagendana ubumuga mu Burundi aremeza ko hakiri abigisha babona abana bagendana ubumuga aho kubatera intege bakazibaca.  ku vyerekeye ibikoresho vyankenerwa ku mashure ngo ntibikwiye, aho ni nk’ibitabu vy’abatabona, amamashini. Hageze ku buzi naho nyene ingorane zirarushiriza. Ivyo bikaba bigaragarira mu mpampuro usanga zisabwa iyo umuntu agiye kurondera akazi nk’izemeza ko umuntu atabumuga afise.  Asa n’uwumwunganira, Gilbert Bizimungu, umushingwabikorwa mw’iryo
huriro we agira ati: « Haracariho ikibazo c’uko abiga ivy’ukwigisha
batabigisha ingene bofata abana bagendana ubumuga. Umwana araja kwiga
kure kandi ku mutumba iwabo hari ishure».
Akamenyesha ko uburyo ayo mashure yubatse bitorohereza
abamugaye. Christine Manirampa, umwe mu bamugaye baribitavye iryo koraniro, ati: « Bimwe mu bidutera kudebukirwa ni uko tubona umenga nta kazoza. Kuki mu batanga ubuzi tutigera twumva ngo  abamugaye  bari « vivements encouragés » ?Ni uko tudashoboye canke atabaramara amashure bagendana ubumuga bahari ? N’ amashirahamwe akomakomeye nka za ONG  atwizeye twokorana kandi tugashobora »  Ni ibiki bimaze gukorwa? Nk’uko vyamenyeshejwe na Ruben Karorero yari yaserukiye ubushikiranganji bw’indero, amashure agera kuri  31 y’akarorero yarubatswe mu ntumbero yo guha ikibanza kibereye abagendana ubumuga. Muri iyo ntumbero nyene, ngo abigisha  126 baramaze guhabwa inyigisho zishingiye ku buhinga bwokwisungwa bariko barigisha abamugaye. Yanamenyesheje kandi ko uburyo bwatangwa na Reta bushigikira abamugaye bwavuye ku miriyoni 47 buja ku miriyoni 170. Nayo Nusura Hassan, umuyobozi w’ishure nderabigisha ENS, nawe nyene
ashikiriza  ko hari ivyakozwe naho
intambwe ikiriho. Avuga ko kuva mu mwaka wa 2016, hatanguye gutangwa inyigisho
zishingiye ku kuntu abagendana ubumuga bofatwa mu gihe bari mw’ishure. Si ivyo
gusa, yanibukije ko iryo shure ayoboye ryatowe mu mashure  y’akarorero azokwakira abagendana ubumuga,
aho mbere nubu hitezwe abanyeshure 3 bazoza gutangura mu 1400  bamugaye bari bakoze ikibazo ca Reta. Ibindi bikwiye gukorwa Nubwo
hari ibimaze kurangurwa ngo haracibonekeza
ibisika (intambamyi) mu ndero y’abamugaye. Ivyo navyo kugira ngo
bikurwe, bisabwa ko uwo ari we wese abigiramwo uruhara , nk’uko  Donatien Barumwete aserukira ishirahamwe  « Nouvelle vision face au handicap »
yabimenyesheje.  Ngo birasabwa ko hakorwa
rusasuma y’abagendana ubumuga, hakabaho ibiharuro bizwi kuko kubwiwe abamugaye
atari aba bari mu mashure gusa, hashobora no kuba hari n’abakiri mu mbari
batanazwi. Ivyo biharuro bihari rero, Reta ngo yoheza ikabikorerako gutyo
ibindi vyiyumviro vyo kubashigikira mu buryo butandukanye bikogera aho. N’abagendana
ubumuga nyene ngo barakwiye kwiyemera bakumva ko bari mu bandi uko biri kwose,
kanatsinda ngo barashoboye. Akarorero katanzwe kuri Daniel Ntiranyibagira
agendana ubuhumyi  ariko bitamubujije ko
aba umwigisha w’abandi mbere na kaminuza arashirako. Ruben Karorero akaba yashimye itunganywa ry’urwo ruganda ariko kandi akanamenyesha ko, mu ntumbero yo kworohereza abamugaye, ubushikiranganji bw’indero bugiye gusaba ko reta yokurako amakori abinjiza ibikoresho bikenerwa n’abagendana ubumuga ari nk’udukinga, vya bitabu vy’abatabona «Braille», imbago, n’ibindi.
Umwaka w’ishuri wa 2019-2020: ibitigiri vy’abana vyiyongereye ibice 10% ugereranije n’umwaka uheze
Muri
uwu mwaka w’ishuri wa 2019-2020, ibitigiri vy’abanyeshuri vyitezwe bo mu
mashuri shingiro n’ayayakurikira birenga 3 000 000. Aho harimwo abashika
2 900 000 bo mu mashuri shingiro, n’abarenga gato 400 000 bo mu bisata
bitandukanye bishika 31 vyo mu gice ca kabiri c’amashuri yisumbuye. Mur’abo, abari
mu bisata vy’imyuga barenga gato 60 000 gusa. Vyashishikirijwe
n’umushikiranganji w’Indero n’Inyigisho z’Imyuga, Janvière Ndirahisha, mu
birori vyo kwugurura umwaka w’ishuri. Kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 9 Nyakanga 2019, umushikiranganji w’Indero n’Inyigisho z’Imyuga, Janvière Ndirahisha, ari kumwe na Marjan Montanzemi, icegera c’uwuserukira ishirahamwe ryitaho ineza y’ibibondo UNICEF mu Burundi, buguruye icese umwaka w’ishuri wa 2019-2020. Kabaye n’akaryo ko gutanguza ku mugaragaro umugambi « Back To School 2019» wo «Gusubiza abana b’igihugu kw’ishuri, kurigumamwo no kurironkeramwo umwimbu mwiza ». Ivyo birori bikaba vyabereye kw’ishuri shingiro rya Mugeni riri muri komine Kayogoro mu ntara ya Makamba ku civugo kigira giti: « Twese dukorere hamwe kugira uwu mwaka w’ishuri ube uw’itekane, w’umwimbu ubereye, uzira ihohoterwa rishingiye ku gitsina, uzira inda z’indaro n’ibindi vyose bitesha abana amashuri ». Mw’ijambo ryiwe, umushikiranganji w’Indero, yahagaraye cane ku kurwanya no gutuza inda z’indaro ku mashuri. Na yo ku vyerekeye inyifato n’indero itegerezwa kubaranga uwu mwaka, umushikirangaji asaba abarezi n’urwaruka kwakirana urupfasoni abana bashasha baba abaje gutangura umwaka wa mbere w’ishuri shingiro canke abaje gutangura uwa mbere ukurikira ishuri shingiro, hamwe rero no kubakundisha inyigisho kugira bagume biga bateko bunguruzwe. Ibitigiri
vy’abanyeshure bitezwe uyu mwaka w’ishuri wa 2019-2020 Umushikiranganji
w’indero n’inyigisho z’imyuga Janvière Ndirahisha agira ati: « Muri uwu mwaka, ibitigiri dufise vyerekana ko twiteze abanyeshuri
barenga 3 000 000. Aho harimwo abashika 2 900 000 bo mu mashuri
shingiro, n’abarenga 400 000 bo mu bisata bitandukanye bishika 31 vyo mu gice
ca kabiri c’amashuri yisumbuye. Mur’abo, abari mu bisata vy’imyuga barenga gato
60 000 ». Ndirahisha yongeyeko kandi ko bagereranije n’umwaka uheze wa
2018-2019 ibitigiri vy’abana vyiyongereye ku rugero rw’ibice 10%.  Ariko ngo n’ubwo
biruko, ibitigiri vy’abana biga mu mashuri y’imyuga biracari bito cane, akavuga
ko bagiye gushiramwo inguvu kugira buhoro buhoro ayo mashuri yiyongere kandi
aronswe n’ibikoresho nkenerwa kugira abashe gukora neza. Interano
ya UNICEF mu nyigisho y’urwaruka rwo mu Burundi Bahejeje kwugurura ishuri shingiro ryubatswe ku mfashanyo ya Unicef, uwaserukiye iryo shirahamwe Marjan Montazemi yavuze ko bazoguma bagerageza gukora ukwo bashoboye kwose kugira indero y’abana b’abarundi igume itera imbere. Ni muri iyo ntumbero yaciye ashikiriza ivyo UNICEF yiyemeje kurangura muri uwu mwaka w’ishuri. Agira ati: « Uyu mwaka biciye mu ntererano UNICEF yashize hamwe n’ibanki nkuru y’isi yose (Banque Mondiale) mu ntumbero yo kuryohora akanovera k’inyigisho, twaratanze ibikoresho vy’ishuri (amakaye, amakaramu, uducamurongo,…) mu ntara vyaragaragaye ko zibikeneye cane: Makamba, Ruyigi, Cankuzo, Kirundo, Muyinga na Rumonge. Abana barenga umuriyoni bose bazobihabwa. Nayo abigisha bose bo mu gihugu bo mu mwaka wa mbere w’ishuri shingiro bakazoronka ibikoresho vyo kwigisha ». Marjan Montazemi
yongerako kandi ko bamaze kwubaka mu gihugu cose ibirasi vy’amashuri 173
birikumwe n’ibibanza vy’ubwiherero vy’abahungu n’ivy’abigeme, amazi n’ibindi
vyinshi. Kubera ko indero
y’urwaruka iraba uw’ari we wese, umushikiranganji w’Indero yasavye ko umwe wese
ategerezwa kugwanya ico cose coza gitesha urwaruka amashuri, canecane inda
z’indaro ku bigeme. Akaba akengurukira abakunzi b’igihugu atako batagira kugira
indero igume itera imbere mu Burundi.
«Na ba nyamwema bitwararitswe bokwiga nk’abandi»
Mu banyamwema bashika 1241 baba mu
Burundi, 420 ni bo bari kw’ishuri. Mu gihe rero umwaka w’ishuri wa 2019-2020
watanguye kuri uwu wa 9 Nyakanga 2019, abatari bake muri bo ngo ntibararonka ibikoresho,
kuko n’imfashanyo y’amakaye n’amakaramu yatanzwe itabakwiye. Bishikirizwa na
Kazungu Kassim aserukira abanyamwema mu Burundi. Iyo amashuri atanguye usanga abanyeshuri buzuye akanyamuneza, bahimbawe koko kuko baba bahekereye ibikoresho vy’ishure bishasha kandi bakaka.. Hari n’abandi rero baba bijiriwe kuko baba batabona aho bazokura ivyo abandi bafise kubw’amikoro make y’abavyeyi . Rimwe na rimwe hari abiga ku magendera naho nyene kubw’imfashanyo bahabwa n’ababanyi canke n’amashiramwe. Kubera ko atari  ivyo baba biha, hari igihe batabironka ku gihe. Ukwo ni kwo igice kinini ca banyamwema usanga  kiri, bagasaba  kwitwararikwa no gufashwa kugira bige nk’abandi. Kazungu
Kassim aserukira abanyamwema mu Burundi, avuga ko banyamwema benshi bavuka mu
miryango itishoboye, iyifise amikoro na yo ugasanga ntishimishwa no kubashira
kw’ishuri. Ngo ni co gituma hari amashirahamwe yama abafasha kuronka ibikoresho
vy’ishuri kugira babandanye kwiga.  Agira ati: « Mu bisanzwe twebwe ntituri benshi cane.  Mu Burundi twese hamwe abato n’abakuze dushika 1241. Muri ico gitigiri cose, abari kw’ishuri bagera ku 420 gusa.  Imfashanyo yabo biga tumaze kuronka twayihawe na ‘Rotary Club Burundi Ingoma’. Amakaye 500 n’amakaramu 550 ni vyo twashikirijwe. Umwana rero ntashobora kwigana ikaye imwe gusa, turacabura izindi». Ariko n’ubwo biri ukwo amenyesha ko UNICEF hamwe n’ubuserukizi bwa Amerika mu Burundi bwabemereye kubafasha. Ngo  iyi ndwi yo gutangura amashuri, ishobora guhera vyabonetse, maze na bo bagume biga nk’abandi.  Ntiboroherezwa kw’ishuri… Irène ni umunyeshuri w’umunyamwema. Avuga ko kwiga kuri
bo, ari ukurya umutima amenyo kuko bahura n’ibibaca intege vyinshi cane. Agira
ati: « Ku kigo kizima, aho urinze usanga
umunyamwema, aba ari nk’umwe canke babiri. Kubera rero ukwo twavutse dusa kandi
tuba turi na bake, abanyeshuri baratwinuba cane. Nta bagenzi pfampfe dukunda
kuharonka, kuko n’abo tworonka, bagenzi babo na bo baca batangura kubinuba.
Akenshi rero twisanga umengo turi ibicibwa bigatuma tudebukirwa bamwe  mbere
bagaheba   n’ishuri». Constance na we
nyene amenyesha ko kugira bige ari akigoro n’inguvu nyishi bakoresha. Agira
ati: «Abanyamwema, twifitiye ikibazo co
kutabona neza ku kibaho. Kubera ivyo, hari igihe usanga bitadushobokera ko
twandika mu makaye ivyo umwigisha aba ariko arandika muri uwo mwanya. Rero, aho
abandi baba bariko barigira muhira natwe tuba turiko turimura ivyo tutabonera
ku kibaho. Hari n’igihe mbere usanga abigisha badufata nabi ngo ntidukwiye
kwiga, ngo umunyeshuri ni uwushobora kubona ku kibaho. Kuribwa umutima
n’umwigisha bituma tutoroherwa mw’ishuri, tukamana umutima mubi. Nay’ubundi
twitwararitswe twokwiga neza». Akavuga rero ko amajambo bene ayo abaca
intege cane, agatuma bo ubwabo biyitako umwikomo. Kubera ko ata
mwana n’ikinono, Kazungu Kassim asaba ko abanyeshuri bofatwa kumwe kw’ishuri,
mbere binashobotse, abanyamwema bakoroherezwa kugira baterwe umutima wo kuguma
kw’ishuri. Akagirako anatera akamo abigisha n’abanyeshuri boba bagifise agatima
ko gutoteza no gukumira umwana w’umunyamwema, ko bohindura ingendo bakabiheba,
nyabuna bagaterera mw’iterambere ry’indero y’abo bana.
Korako ntahonikora yige
Mu gihe umwaka w’ishuri wa 2019-2020 buca utangura, urunani rw’amashirahamwe 8 y’urwaruka rufise umutima w’impuhwe rwatunganije igikorwa c’isekeza bise «Korako» mu ntumbero yo kwegeranya imfashanyo y’amakaye izohabwa abana b’abanyeshuri 300 ba ntahonikora bo mu ntara ya Bujumbura Rural na Mairie. Igikorwa cabaye kuri uwu wa 4 Nyakanga, mu kigo c’abafaransa IFB. Hari igihe bishika abana bari kw’ishuri babayeho mu buzima bw’amikoro make bacika intege, ugasanga indoto n’imigambi bari bafise yo muri kazoza irahagaze biturutse k’ukubura ibikoresho vy’ishuri. Muri bo, hari abo vyanka bakaja mw’ibarabara gusabiririza canke gushakisha abagiraneza boshobora kubafasha kugira bagume kw’ishuri, maze na bo bige nk’abandi bashike kw’ihangiro ryabo. Ni
muri ubwo buryo, ishirahamwe Tabitha ribicishije mw’isekeza ryiswe «Korako», ryihaye ihangiro ryo
gufashisha abana ba ntahonikora amakaye kugira bagume biga. Isekeza
ryatanguriye mu gisagara ca Bujumbura mu mwaka uheze wa 2018, aho abana 80
baronkejwe ibikoresho vy’ishuri. Muri uwu mwaka w’ishuri wa 2019-2020 buca
utangura naho, Tabitha rikaba ryaciye ryifadikanya n’iyindi migwi y’urwaruka
kugira bashobore kwungura igitigiri c’abana bazofashwa. Muri iri sekeza «Korako» rero, ngo biteguriye
gufasha abanyeshuri ba ntahonikora 300 bo mu ntara ya Bujumbura Rural hamwe n’abo
mu gisagara ca Bujumbura. Iyo mfashanyo iboneka gute? Nk’uko bishikirizwa na Ndihokubwayo Jimmy umuhuzabikorwa mu mugambi w’isekeza «Korako», ngo ni urunani rw’amashirahamwe y’urwaruka rufise impano zitandukanye, uri abaririmvyi, abanyabuhinga bwo gucapa, aba DJs, … baja hamwe. Aba rero ngo baraheza bagategura ibiteramo vyo gukangurira abantu batandukanye kugira umutima wo gufasha abatishoboye canecane abana bari kw’ishuri. Biciye muri ivyo biteramo, uwuri aho wese atanga uko arongowe n’umutima, ni ugukorako kugira basahirize, nakare ngo isorosoro rigwira iyo riroye. Hari abatanga amakaye, amakaramu, hari abatanga amafaranga, eka hari n’abaterera babicishije mu mpano zabo nko gucapa, kuririmba, … aho amahera yose akuwe muri vyo birori, harimwo n’ay’amatike yo kwinjira akoreshwa ku bana ba ntahonikora kugira na bo bagume kw’ishuri.  Ubwo iyo mfashanyo irashika ku bo
yagenewe? Nikwigize Elie ni umwana w’umunyeshure aba mu Gatumba. Mu ntahe yashinze, avuga ko hari abantu atazi bakozeko ariga. Ni mu gihe uwu mwana w’imyaka 13 yagira ahagarike kwiga mu mwaka uheze kandi yagire atangure kwiga mu wa gatandatu. Nikwigize, mw’izina ry’abandi bana bafashijwe agira ati: « Umunezero mfise ni mwinshi, ndakengurutse ku gikorwa ciza c’umutima abantu ntazi berekanye mu kumfasha kuguma kw’ishuri. Jewe nagira mpebe mu mwaka uheze, nari nabuze ibikoresho vyishuri, ariko kubw’amahirwe ntari niteze nabonye imfashanyo y’amakaye n’amakaramu, hama nsubira kw’ishuri ndiga ndamenya, ubu ngiye mu mwaka w’indwi. Nkaba nongeye gusaba ko mwokwongera mugakorako kugira jewe n’abandi bana tubayeho mu buzima bw’abatishoboye tubandanye kwiga». Nkurunziza Yves na we nyene ni umunyeshuri yagire ahagarike amashuri ageze mu mashuri yisumbuye (2è IM). Uwu rero avuga ko hageze igihe arabona ko vyanse ko abandanya, atari ukubera ayobewe, ahubwo kubera abuze uburyo bumugumiza kw’ishuri. Agira ati: « Muvyukuri, iyo ntaronka abakorako ubu simba niga. Nararaba ukuntu ndabitora mw’ishuri, ntarigera ndenga ikibanza ca gatatu kuva niga, nkaca mbona ko ata buryo mfise bwo kubandanya nkumva ndababaye. None rero mpagaze nshima igikorwa umuntu wese ntazi yakoze ndanamenyesha ko cavuyemwo ivyiza vyinshi kuko nize ntako ndunguruzwa. Umutima mwerekana wo gufasha abana biga batishoboye uradushikira».   Ku bwa Ndihokubwayo Jimmy, ngo umugambi wo gufashanya ni mwiza kuko utuma haba abafasha abandi gushika ku ndoto zabo, mu gihe usanga bo ubwabo bitokunze ko bazishikanako. Agira ati: «Jewe nanje ndishingira intahe ko ntari gushobora kwiga iyo ntaronka abamfasha, kuko nize bigoranye nkoresha impapuro z’abatishoboye. Na Kaminuza nayize kubw’abagenda barakorako, ubundi simba ngeze aha». Jimmy rero ngo afise ideni ryo kwagura uwo mugambi wo gufasha abana batishoboye bari kw’ishuri gushika ukwiye mu Burundi bwose, maze ngo ntibigasubire gushika aho umwana ntahonikora aheba ishuri kubwo kubura ibikoresho kandi abantu b’impuhwe bari ho.
Intonde z’ivyigwa z’abakomeye zirorohereza abana bafise ubumuga bwo kutumva  no kutavuga?
Naho binanata bakiga nk’abandi bose, abana bagendana ubumuga bwo kutumva no kutavuga barahura n’intambamyi zitandukanye mu mashure bigamwo, nyinshi muri zo zikaba ziva k’ukuntu intonde z’ivyigwa zitunganije aho abafise ubwo bumuga bafatwa nk‘abatabufise. Vyemezwa n’abarezi babakurikirana ndetse n’abanyeshure nyene. Nk’uko umurezi wo kw’ishure ryigisha abana bagendana ubumuga bwo kwumva Ephphatha, Claude Bizoza abimenyesha, haba mu mashure matomato canke ayisumbuye, ngo intonde z’ivyigwa usanga zitunganije co kimwe  n’iz’abakomeye mbere n’ikiranga minsi  kikaba kimwe. Akagira ati: « Kubera ko abigisha dusiganwa n’intonde tuba dufise, umwana aragwa mu mporero  kandi yategerezwa kuronka akanya gakwiye ko kubaza ivyo atatahuye». Amenyesha kandi ko hategerezwa kuba hariho n’ibikoresho mfashanyigisho bikwiye kuko ngo ibicapo n’ibimenyetso bifasha cane uriko urigisha bene abo bana.  Kevin Iriho nawe nyene ni umwigisha wo mu mashure matomato. Uwo, yemeza ko kuva mu mwaka wa mbere gushika mu wa gatandatu haba hari umwigisha umwe buri shure. Agira ati:«Burya kwigisha mu rurimi rw’abatavuga, si ikintu coroshe. Naho woba warahawe inyigisho z’urwo rurimi rw’ibimenyetso, ntuheza ngo umenye kurukoresha mu vyigwa vyose. Nivyo urashobora kumenya kuyaga n’abandi ariko kurukoresha nko mu biharuro, icongereza…kuba ukugerageza. Ivyo bigatuma abana baronka ubumenyi budakwiye ». Eka na Sylvestre
Ntunzwenayo atumva kandi atavuga aravyemeza. Abicishije mu nyandiko, agira ati:
« Turigishwa nk’ivyigwa vyo kuririmba,
ivy’ukuvuga neza ijambo  mu rurimi kanaka
kandi bazi ko ataho tuzoririmbira, ata n’aho tuzobivugira, ivyo kandi
tukabibazwa mu bibazo. None vyukuri vyari bikenewe? Barazi ko bitugora ariko
n’iyo hakozwe ikibazo batanga  umwanya
umwe n’uw’abandi banyeshure bumva kandi bashabora no kuvuga. Vyari bikwiye
guhinduka». Naho vyari bigumye, Bernadette yaranangiriye  Bernadette Niyukuri yize kw’ishure  rito ryo ku Mushasha 1, abandaniriza amashure yisumbuye kuri Christe Roi, ku Mushasha nyene, mu ntara ya Gitega. Nk’uko avyivugira biciye mu nyandiko, aho hose yize ngo nta bandi banyeshure bari basangiye  ikibazo co kutumva. Nta bikoresho vy’abatumva vyariho ariko  ngo  ntivyamuciye intege, yagumye ku gikorwa. Kubera ko yarazi ubumuga bwiwe, avuga ko uko yimukira mw’ishure yironderera umugenzi, akagerageza kumwigisha ururimi rw’abatavuga. Kuva ubwo ngo bamana hafi. Ari ico umwigisha yavuze ntatahure ngo yaramusigurira yandika. Ashatse kubaza ikibazo naho , Bernadette yandika ku gapapuro, akagashira umwigisha nawe mu kumwishura akabigenza ukwo nyene. Ngo ntivyamworohera na gato, ariko yarize muri ubwo buzima mbere na kaminuza arashirako. Naho biri ukwo, avuga ko hari abigisha batamwitaho kandi bazi ikibazo afise. Akavunira akagohe abasanzwe bigisha abana bagendana  ubumuga bwo kwumva no kuvuga, aho abamenyesha ko ata kintu kibanezereza nk’ukubona abandi babiyegereza bituma bisanga, bakumva ko bari mu bandi.  Inyigisho zari zikwiye gutunganywa gute? Kubwa Methode
Bihoyiki, umwigisha kuri kaminuza Espoir d’Afrique, ngo
vyari bikwiye ko hatunganywa intonde z’ivyigwa hisunzwe ubumuga bw’abo bana
batumva, badashobora no kuvuga, kuko vyoza nk’inyishu y’ibibazo bagirira
kw’ishure. Ivyo rero ngo vyoheza bigaherekezwa n’ukuronsa inyigisho zidasanzwe
abigisha bakoresha ururimi rw’ibimenyetso kuko ngo atari igikorwa coroshe.
Agira ati: «
Bene abo bana kenshi usanga batahura batevye kandi mu
ndinganizo y’inyigisho zabo bisabwa ko habamwo ibicapo vyinshi mu ntumbero yo
gushimangira ivyo baba bigishijwe hakoreshejwe ururimi rw’ibimenyetso ». Mu bushikiranganji
bw’indero ntibashoboye kuboneka ngo bagire ico babivuzeko.  Naho biri uko, kubwa Michela Iranzi asobanura
ururimi rw’abatavuga, ngo hamwe intonde z’inyigisho z’abana bagendana ubumuga
bwo kutumva ntibavuge zoshirwaho, abigisha bakaronka ubumenyi bukwiye, ibikoresho
mfashanyigisho bikagwizwa ngo vyofasha cane
mu ntumbero yo guteza imbere ubumenyi bw’abo bana. Legende :              Révérien Niyorugira
Wari uzi ko ushobora kwigisha irondoka rijanye n’amagara meza biciye mu muziki?
Umuziki
usigaye ari bumwe mu buryo urwaruka rukoresha mu kwigisha, guhanura no
guhimiriza abantu bo mu kibano inyifato ibereye ku bijanye n’irondoka rijanye
n’amagara meza. Vyagaragaye kuri uwu wa 29 myandagaro aho umuririmvyi Vichou
Love yarikumwe mu Cibitoke n’urwaruka rufise impano yo kuririmba ruhurikiye mu
mugambi « Menyumenyeshe » wa Care International Burundi, ufadikanije na Cordaid
na UNFPA. Si ibintu bimenyerewe
cane kubona urwaruka 62 ruva mu ntara 11 zitandukanye inkumi n’imisore bakoranira
hamwe mu ntumbero yo guhanurana no kwigishanya irondoka rijanye n’amagara meza
biciye mu mpano basanganywe y’umuziki. Dr Nintunze Jacqueline arongoye umugambi
« Menyumenyeshe » muri Care International Burundi avuga ko izo nyigisho abantu
bahora bazironka biciye mu gusoma ibitabo, ibinyamakuru, kwitabira inama canke
ibiganiro n’inyigisho biba vyatunganijwe. Ariko naho bamwe babigenza ukwo, si
igice kinini c’abantu bashobora kwungukira kuri ubwo buryo. Umugambi «
Menyumenyeshe » rero usanzwe wigisha urwaruka ibijanye n’ubuzima ndoragitsina
bubereye. Ni ukuvuga uburyo rwogenzura umubiri warwo, rukirinda kurwa mu kosho
k’urunganwe kotuma bashira ubuzima bwarwo mukaga. Umuziki rero ukaba ari bumwe
mu buryo bwaciye bucagurwa kugira ucishwemwo inyigisho zihanura kandi zubaka
igihugu.  Ni
ubutumwa bumeze gute urwaruka rucisha mu ndirimbo zarwo? Niyomukiza Nicaise
ni umwe mu rwaruka ruririmba, akaba aba mu ntara ya Bururi. Uwu rero avuga ko ubutumwa
bakwiragiza biciye mu ndirimbo buva mu nyigisho baba bahawe muri Menyumenyeshe.
Zimwe muri zo ahanini ngo zishingiye ku nyifato n’indero runtu rutegerezwa
kugira iyo hageze ko rwifatira ingingo ku bijanye n’igitsina. Aho rero harimwo guhanurira
abandi kwirinda ukwubakana batarakwiza imyaka, inda zitipfuzwa, indwara
zandukira biciye mu mibonano mpuzabitsina, ukudakorora inda. Eka ruranahimiriza
kwijukira kugiriranira ibiyago n’abavyeyi, kwitabira amavuriro umugenzi w’urwaruka,
kuja hamwe n’abandi mu mashirahamwe n’amakoperative mu ntumbero yo gukora
ibikorwa vyo kwiteza imbere, hamwe n’ibindi vyinshi.  Ivyo
urwaruka rwungukiye ku mugambi menyumenyeshe Abarundi
barayamaze bati: « Akuzuye ntikamurikwa
». Nishimwe Trésor w’i Muramvya nawe ati:
« Ntibikenewe ko nihaya, uteze amatwi
indirimbo zanje uca wumva ico nungukiye muri Menyumenyeshe ». Nishimwe rero, ngo yatanguye
kwiyumvamwo impano yo kuririmba afise imyaka 14, ariko ngo ntiyabona n’iyo bita
umutwe. N’indirimbo yaririmba ngo nta butumwa bwarimwo, ivyo bikaba vyatuma
abavyeyi n’ababanyi bamubona nabi kuko bibaza ko ari ikirara. Ariko ngo kuva
aho agiriye mu mugambi menyumenyeshe akigishwa ingene bakoresha impano neza,
ariruhutsa. Agira ati: «Ingabirano yanje narayironkeye intumbero.
Ubu sinkiririmba indirimbo zidafise ico zisigura. Ntanga ubutumwa bufise
akanovera buhanura bose abato n’abakuze, kandi ubu no muhira basigaye bankunda
kuko naciye niga kubaho njanisha n’impanuro ntanga mu ndirimbo kugira ndabe ko
noba akarorero keza ko kwigirako mu kibano ».  Erega burya ngo si abahungu gusa
bungutse, n’abakobwa ngo ni uko. Ndayizeye Frediane wo mu Ruyigi ngo ubwa mbere
ntiyari azi ko afise impano yo kwigisha biciye mu gahogo. Agira ati: « Jewe nize kuririmba nkimara kwumva muri jewe
ko inyigisho narose zifatiye ku buzima ndoragitsina zindudubizamwo. Ntangura
kwumva ko novyigisha abandi.  Ni kwo guca
nja hamwe n’abandi dutangura gushira ivyo twize mu muziki no mu dukino. None
ubu, ndabona ko bishobora kuba yo nzira yanje yo kwerekana ivyo nshoboye ». Nk’uko ata mukuru abura mukuru we, Vichou Love aravunira akagohe urwo rwaruka, akarumenyesha ko nimba rushaka gushika kw’ihangiro ryarwo, bibereye ko rugendera impanuro ruhabwa n’abarukurira. Agira ati: « Mwirinde akosho n’uruhendo rw’abashaka kubatesha umurongo, shire imbere gusenga, indero kuri bose n’umutima wogukora. Hama mu muziki mwame mwibuka gucanga umudiho w’ubu n’amajambo y’akanovera ya kera, ni ho muzokora ku mitima y’abantu bose, abato n’abakuze ».
Ukuzimba kw’ibikoresho vy’ishure i Bujumbura kurahangayikishije abavyeyi
Mu gihe bamwe mu bavyeyi bafise abana bari mu mashure bidogera bamwe mu bandanza ibikoresho vy’ishure ko bikika mu kiza bakaduza ibeyi iyo ishure ryegereje gutangura, abadandaza bo bavuga ko ibeyi ishingwa bivanye n’ingene na bo barangura. Jimbere yarishikiye ahahora isoko nkuru ya Bujumbura « Oya! N’abadandaza baraheba bagakavya! Si numva ukuntu umuntu ashobora kuduza ibeyi y’ibintu ukwo yishakiye ngo nuko abonye ageze mu gihe ivyo bintu bikenewe. Ni ryari ikaye imwe y’impapuro 100 yigeze igurwa 1.300Fbu? Ni ubwa mbere ivyo ndabibonye kuva nitwa Belyse. Mu mwaka uheze ikaye y’impapuro 100, aha mu gisagara nyene ntitwazigura 900Fbu? Ni aho bahora barangurira hahindutse none? Nubwo sha amashure agire atangure batanguye kwikika mu kiza kugira bunguke umurengera». Ayo ni amwe mu majambo Belyse Inamahoro avuga amaze kubona ko amakaye yamukuye mu Rweza aje kugurira abana atashe atayaguze. Uwu rero avuga ko hamwe ibeyi itomanuka ko bitazomworohera kuko ngo afise abana babiri bagiriye rimwe mw’ishuri ry’inyuma y’ishure shingiro.    Burya ngo si amakaye n’amakaramu yaduze gusa nkuko Belyse avyidoga. Ngo n’umwambaro w’ishure waraduze ibeyi. Théoneste Sindikubwabo ngo afise akana k’agahungu kagiye mu mwaka wa kabiri w’ishure shingiro. We avuga ko yari yicishije mu gisagara ca Bujumbura ngo abe aragurira umwana wiwe ‘agakaki’ azotangurana. Bamubwiye 10.000Fbu, aratangara: « Ngo! Ubu akakanya hiyongereyeko 4.000Fbu? Mu mwaka uheze nayiguze 6.000Fbu». Erega si ivyo gusa kuko ngo n’agatabo yaguriye umwana wiwe kugira abe ariyibutsa gusoma yakaguze kamuzimvye. Yongerako ati: «Ndafitiye impuhwe abafise abana benshi biga hamwe atacokorwa kugira ibi biciro bigabanuke». None
ivyo biciro bihagaze gute kw’isoko? Ferdinand adandariza hambavu ya hahoze isoko nkuru ya Bujumbura. Uwu rero ntatinya kwemeza ko ibeyi y’ivyo adandaza iri hejuru ugereranije nuko yari imeze mu mwaka uheze. Ferdinand co kimwe n’abandi badandaza bakorera muri ico kibanza bose bafise igiciro kimwe: ikaye imwe y’impapuro 100 igurwa 1.300Fbu ariko ‘iduzeni’ ni 14.000Fbu, ikaye imwe y’impapuro 60 igurwa 1000Fbu, iduzeni na yo ni 11.000Fbu, imwe y’impapuro 48 igurwa 900Fbu, iduzeni 9.000Fbu, imwe y’impapuro 36 ni 800Fbu iduzeni 8.000Fbu, imwe y’impapuro 24 ni 600Fbu mu gihe ikaye y’impapuro 12 igurwa 400Fbu, ’registre’ imwe 8.000Fbu, ikaramu imwe 500Fbu.    Ivyo
rero biri ukwo mu gihe mu mwaka uheze ho ikiguzi cagendeka. Ferdinand
avuga ko mu mwaka uheze ikaye y’impapuro ijana yagurwa 900Fbu,
iy’impapuro 60 yagurwa 700Fbu, iy’impapuro 48 yagurwa 500Fbu,
iy’impapuro 36 yagurwa 400Fbu, iy’impapuro 24 yaragurwa 300 canke
350Fbu na yo iy’impapuro 12 no ku 200fbu yaragurwa, ikaramu
yaragurwa 350 canke 400Fbu. «Nta
na kimwe kitaduze ibeyi».
Iryo duga ry’ibeyi rika riva ku kuntu ngo n’abo badandaza
babirangura bibazimvye.  Imvo
nyamukuru….? Ikintu cose kiba ngo nuko kiba gifise icagiteye. Gédéon aranguza ibikoresho nka vyose umunyeshure yoshobora gukenera. Kuba bizimvye, avuga ko biva kw’ifaranga ry’idorari na ryo risanzwe rizimvye, kuko vyinshi mu vyo arangura abikura hanze y’Uburundi. Agira ati: « Ukwo idorari riduga ni ko amafaranga y’amarundi ata agaciro kandi n’ivyo turangura bica bizimba. Na twe rero duca turaba ukuntu ayacu yoboneka, hakanasaguka akanyungu». Yongerako kandi ati: « Mu mwaka uheze ikarato y’amakaye ntiyigeze iranguzwa amahera arenga 120.000Fbu, ariko ubu hari izigeze ku 153.000fbu, Imetero y’igitambara ca kaki caranguzwa ibihumbi 7000Fbu mu mwaka uheze ubu ni 11.000Fbu. ufatiye kw’idora naho, mu mwaka uheze idorari ryavunjwa kuva ku 2500Fbu canke 2600Fbu, ariko ubu idorari rimwe rivunjwa 3170Fbu». Iryo duga rikabije ry’ibeyi, rikaba ryatanguye kwibonekeza kuva ku wa 31 mukakaro 2019, inyuma gato yaho abanyeshure binjiriye mu kiruhuko. Akaba ariho abadandaza amakaye n’ibindi abanyeshure bakenera batangura kuza kudandariza hanze ku meza, mu mpande z’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura.
Agashavu karaniga mu banyeshure bo muri Kaminuza y’Uburundi kubera iduzwa ry’ibeyi ry’uturesi two kubikurirako muri Poste
Kuva aho uturesi dukoreshwa mu kubikura ku maposita tudugirijwe ibeyi tukava ku mafaranga y’amarundi 700 tukaja ku 3.000 Fbu, abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi basanzwe banahembwa uduhera duke baridoga bakabona ko bajaniranijwe. « Amafaranga 3.000 yose, akuwe ku 8.000
ndonka ku kwezi nsigarana iki? Birababaje! Eka mbere ntibinumvikana na gato.
Nimba batazi canke biyibagaza agaciro k’ifaranga ku munyeshure yiga muri
kaminuza. Honyene muri 3000fbu nguramwo, ikaramu, udupapuro, isabuni, utuvuta
two kwisiga nkanasaguramwo n’utu SMS twokwandikiranirana n’abagenzi. Nuko nyene
ata mahitamwo mfise naca mvamwo nkaja ahandi nkapfuma ndayatanga aho
nihitiyemwo». Iyo ni
imwe mu myidogo y’agashavu ka Kanani Sylvestre yiga mu mwaka wa gatatu muri
Kaminuza y’Uburundi. Erega si uwo
gusa, n’uwu mwigeme Kaneza Viollette asanzwe apanze hamwe n’abandi ku Mugoboka
ntivyamushimishije. Agira ati: «Aha mu
gisagara ntacijana vyose ni ifaranga, natwe dutegerezwa kuriharurira. nk’ubu jewe amafaranga angana n’28.000 ni yo
mpabwa ku kwezi, kandi nkategerezwa kuyasumamwo no kuyarihamwo inzu. Sintahura ingene ku dufaranga tw’intica
ntikize nk’utu duhabwa bodukurako 3.000fbu, ayo ni menshi kuko arasahiriza ku
tuntu tutari duke». No muri
bamwe bahabwa ingurane (pre-bourse) y’180.000fbu ukwo amezi atatu aheze,
abadafise udutabo tw’ukubikura, nabo nyene n’ubwo baronka udusa n’utwisununuye gato
ngo ayo mahera agurwa ako karesi ni menshi. Niyukuri Antoine yiga mu mwaka wa
kabiri, avuga ko ayo mahera 180.000fbu atayatorera rimwe ku gutinya ko yohava ahera
amezi atatu ataragera. Kubw’ivyo ngo aja kuri posita gatatu mu mezi atatu. Akabona
ko 9.000fbu bigiye kwama vyamucitse ari vyinshi agereranije n’ivyo akenera.  Vyatanguye ryari? Hari ku wa
24/7/2019 aho umuyobozi wo ku biro vy’icicaro gikuru c’amaposita yose yo mu
Burundi Philippe Mpitabakana yandikira abarongoye amaposita bose mw’ikete N.réf:
1560  V.réf :732/DG/2019, ko itegeko
732/481/DIR/C.M/Z. G/2003 ryo ku wa 06/05/2003 rivuga ko umunywanyi wa posita mu
gihe adafise agatabo ko kubikura ashobora guhabwa akaresi  ariko agakatwa amafaranga y’amarundi 700fbu ku
yo afise kuri konti yiwe yarisubiriza   n’irindi rivuga ko akaresi kagurishwa 3.000fbu. Naho uwo muyobozi
mukuru w’amaposita mu Burundi atashoboye kuboneka ngo atange umuco w’icatumye
iryo duzwa ry’uturesi riba, umwe mu bakozi bo kuri posita nkuru abona ko ngo
bwoba ari uburyo bwo kworohereza abanywanyi. Uwu akemeza ko nubwo ako karesi kazimvye
gafise akarusho kanini gusumba akahahora. Agira
ati : « Ubu urashobora
kubikura amafaranga arenga 50.000, mu gihe akari kahasanzwe katayarenza. Ikindi
na co, kuri ako k’3000fbu, umunywanyi arashobora kubikura amafaranga yiwe ku
biro vya posita aho biri hose mu Burundi, hatarabwe aho yugururije konti ». Mugihe rero abo banyeshure bo barira ngo akaresi kaduze,
ababitsa  amafaranga menshi kuri konti ya
posita bo baravyishimira kuko ngo bashobora kugakoresha ari kamwe mu gihe
bagomvye kubikura amafaranga menshi icarimwe.
Kuber’iki impapuro z’imitsindo kuri Kaminuza y’Uburundi zidatangwa ku gihe kuri bose?
Mu gihe abanyeshure bamaze imyaka ibiri n’iyirenga bahejeje amashure yabo ya kaminuza y’Uburundi bidoga ko batararonswa impapuro z’imitsindo zabo, umuyobozi w’inyigisho mur’iryo shure ryisumbuye Paul Hakizimana aratanga umuco w’ico bivako ku bo zatevye gusohoka kuko ngo zidateba kuri bose. Richard ni umwe mu bahejeje kwiga. Amaze imyaka itatu ahejeje amashure kuri Kaminuza y’Uburundi. Yidoga avuga ko yabuze amahigwe y’akazi inyuma yo gusimbira mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya gupagasa kuko ngo agashomeri kari kamurembeje. Ico gihe yagenda, ngo yagiye yitwaje urupapuro ruhabwa abahejeje amashure ya Kaminuza ivy’imfatakibanza rwemeza ko yahejeje. Agira ati: « Nagize ntya aho nari mperereye numva bakeneye abakozi indwi. Twakoze ikibazo turi abantu ijana. Nabaye uwa kabiri. Badutumye impapuro z’imitsindo, nanje nikora kwa rwa rupapuro nitwaza, n’umunezero udasanzwe nibwira nti kiraciyemwo. Ariko siko vyagenze kuko nasanze hanze batarwerekwa. Akazi kaba kanciye mu myanya y’intoke. » Pascal we ngo imyaka ibiri iraheze yiruka ku rupapuro rw’umutsindo, ngo yijabukire kubandaniriza amashure yiwe hanze. Ariko ngo uko aja kurondera urwo rupapuro yama abwirwa ko zitarashirwako imikono n’inzego zibijejwe, agasubira inyuma uko yagiye. Agasaba ko umugwi ubijejwe woshiramwo agatege ngo kuko ukudatanga impapuro z’imitsindo ku gihe bitesha amahirwe ababa bahejeje ndetse bikanabugarira imiryango kuko ngo urupapuro bahabwa rw’imfatakibanza hanze y’igihugu baruha agaciro gato. 🔴 #Burundi: pourquoi les étudiants du public reçoivent seuls le prêt-bourse, et pas ceux du privé? https://t.co/Y4LxlR1bXe pic.twitter.com/ZflWAqA3YH — Jimbere (@JimbereMag) June 27, 2019  Kuber’iki bamwe ? Umuyobozi ajejwe ivyigwa muri Kaminuza y’Uburundi, Paul Hakizimana, avuga ko izo mpapuro zisohoka. Kimwe gusa, ngo hari aho kuri bamwe ziteba: « Umugwi ujejwe kwemeza ubwanyuma ko impapuro z’umutsindo zisohoka ni umwe mu gihugu cose. Uwo mugwi ugenda uraca kw’ishure rimwe rimwe, ku makaminuza ya Reta eka no mu yigenga ukagenda wihweza unemeza impapuro z’umutsindo zigiye gusohoka. »
Nk’uko uwo muyobozi abandanya abishikiriza, ngo bishitse uwo mugwi ugaca kw’ishure kanaka, ushobora gusiga usinye ku mpapuro z’imitsindo nke canke nyinshi bivanye n’umwanya uba wabonetse kuko ngo hejuru y’ico gikorwa, abagize uwo mugwi hari ayandi mabanga bajejwe. Ariko naho biri ukwo, Uwo muyobozi yemeza ko izo mpapuro z’imitsindo zishobora gutangwa ivy’imfatakibanza ku wurukeneye vyihuta, akariha amafaranga y’amarundi angana ibihumbi 20.000 akaja mu kigega ca Kaminuza ariko akazorugarukana kugira ngo hashirweko ya mikono ya wa mugwi, agaheza akazogaruka kuyitora vyose vyatunganye. Yongerako, ati: « Hari n’abanyeshure batinya kuza kuzitora kuko hari ivyo basize badatunganije. » Abahejeje amashure yabo rero ngo barakwiye guca aho bize bakaraba impapuro z’umutsindo zabo ko zoba zaratunganijwe, uwuyikeneye vyihuta nawe ayitore ivy’imfatakibanza aje kuyifotoza aheze ayigarukane kuko ngo birashoboka.
Amategeko ku bijanye n’uguhuza ibitsina mu mashure abivugako ki?
Ubutegetsi bugwanya gute iyo ngeso mbi ititura akanovera k’inyigisho ndetse kagatosekaza imico n’imibano muri rusangi? Edouard Minani, umuhinga mu mategeko akaba n’umuhanuzi mu bushikiranganji bw’Ubutungane , akaba ajejwe n’ugutunganya poritike ngenderwako yo mu kiringo ca 2016-2020.  Haraheze imyaka itari mike na canecane kuva hadutse intambara yo mu 1993, haravugwa abanyeshure baryamana n’abigisha kugira ngo baronke amanota meza.  Hoba hariho itegeko ritomoye rigenga imigenderanire hagati y’umwigisha n’umunyeshure?  Mu gihugu gifise kahise karanzwe n’amabi nk’iki cacu, ibijanye n’ubushurashuzi usanga birenze. Ababigira ubasanga mu bisata vyose, gushika no mu bajejwe gukingira no guteza ibere agateka k’umukenyezi, na canecane abajejwe kurera. Mu bijanye n’indero, hari itegeko rigenga inyigisho riravuga neza imigenderanire hagati y’umwigisha n’umunyeshure. Ibijanye  rero no “kwideribera” vyovyo bihanwa n’itegeko mpanavyaha ryo mu 2009 (Itegeko n°1/05 ryo ku wa 22 Ndamukiza 2009), hamwe rero n’itegeko n°1/13 ryo ku wa 22 Nyakanga 2016 ririnda rikongera rigakingira abashurashujwe canke bakorewe amabi afatiye ku gitsina. Mu bushikiranganji bw’indero bavuga ko umwigisha agengwa n’amategeko agenga abakozi n’akazi nk’abandi bakozi bose.  Kubera iki ata mategeko abagenga asanzwe ahari mu gihe tubona turi mu bihe bidasanzwe mu mashure yo mu Burundi (imico yaratitutse, ubukene, indero yo ku ziko idashemeye…)?  Itegeko rigenga abakozi ni itegeko ryerekana ko Reta ari umukoresha, umukozi wa Reta na we ari uwuhembwa  na yo. Rigarukira gusa ku bijanye n’ico umwe wese yiyemeza ku bijanye n’umurimo ajejwe n’impera abwirizwa kuronka. Mu gihe umukoreshwa akoze amakosa mu kazi, arakurikiranwa n’amategeko n’ubutungane. Aho rero ni ukumenya neza ko iyo bigaragaye ko umwigisha yatanze amanota abanje kuryamana n’umwigeme, arahanwa cane n’itegeko ridasanzwe rigenga amabi afatiye ku gitsina . Nk’umunyeshure w’imyaka 20 yiga mu w’icumi na kabiri atwajwe inda n’umwigisha wiwe, biragaragara ko uwo mwana aca yirukanwa. Itegeko rihana uwo mwigisha iyo amenyekanye ni irihe? Ahanishwa iki?  Uwo mwigisha arakurikiranwa kuko aba yashurashuje uwo ajejwe. Itegeko  rica rimukurikirana kuko yakoresheje ububasha afise ku munyeshure. Hari itegeko rihana bene ivyo rero iyo umuntu akoresheje ubwo bubasha haba ku bijanye no gutanga amafaranga canke kuduzwa amapete mu kazi. Itegeko rihana amabi afatiye ku gitsina, mu ngingo yaryo ya 35 rivuga riti: “ Umuntu wese yagirijwe kugira imibonano mpuzabitsina n’uwo ajejwe ahanishwa umunyororo w’imyaka iva kuri itanu gushika kw’icumi. Igihano kiraduzwa kuva ku myaka 15 gushika kuri 30 iyo uwabigiriwe atarashika mu bigero canke ari umunyeshure.”
Itegeko rero riratomora ko ico caha kiri mu bitababarirwa na gato. Ni ukuvuga ko n’Umukuru w’igihugu adashobora gutanga ikigongwe ku caha nk’ico. Hari aho mwoba mumaze kuronka ibirego vy’umwigisha w’igitsina gore yaryamanye n’umunyeshure?  Oya nta vyo ndumva jewe. Mugabo abahinga baravuga ko hama hariho ako kabi mugabo katibonekeza. Usanga biriho mugabo binyegeye ku buryo mu biharuro ubutungane bufise ivyo bitarimwo. Ibuka nawe abo bita “abapfubuzi” vyaragwanijwe cane mbere bisa n’ivyatujijwe n’igiporisi kijejwe gukingira imico. Abagore bakuze bahora baza ku mashure bakigira abavyeyi b’abahungu bakabajana. Ivyo vyatumye haba igiporisi kibituza. Sinzi ko hoba hakiri udusigarira. Muri rusangi muvyifatamwo gute kugira ngo murandurane n’imizi ingeso mbi nko “kwideribera?”  Iyo ingeso yadutse, tugasanga nta mategeko ayihana, ubutungane buca bushiraho amategeko abigenga. Abahinga mu mategeko barashobora kubona ko hari ingeso ishobora kwaduka, bagaca batangiriza bagashiraho amategeko abihana. Mu buhinga bwacu, itegeko ryose rihana ingeso riba rifise amahangiro abiri: Gukinga (kugira ngo duce inguvu ababigira ntibasubire) no guhana (kugira ngo uwabikoze yishure akabi yakoze twisunze amategeko mpanavyaha.
Iyo akariho katavugwa…
Igitigiri c’abo twashoboye kwumva bemerera abanyeshure amanota kuko baryamanye ni bake cane ugereranije n’uko biri. Kenshi na kenshi usanga babivuga nk’ibanga nk’igihuha ata kivyemeza kigaragara. Bigatuma bigora kurwanya ako karanda.  Ku bwa Regisi, yahoze ajejwe ivyigwa kw’ishure ryisumbuye (lycée) rya Gitega, ikosa ubwa mbere ngo ni iry’abavyeyi. Ati: “Ntibacitaho guha indero runtu abana babo. Babarekera abigisha, bakibagira yuko indero iva ku ziko.” Ku bijanye n’iyo nyifato mbi, uwo mwigisha aremera ko bitoroshe ati: “Turakora ivyo dushoboye mugabo atari mu bigo vy’ishure aho nta co dushobora. Kubera ko ata vyemeza tuba dufise, turegera uwo bivugwako tukamugabisha.” N’ubu bisa n’ibikigoye kuko iterambere mu vyo gutamatumanako amakuru vyatumye guhura kw’umunyeshure n’umurezi vyoroha. Regisi akavuga ko ubu abanyeshure bafise iterefone zigezweho bita “smartphone”. Umurezi mubi bica bimworohera kubonana n’umunyeshure kandi ngo biragoye guhinyura. Kugeragezwa  “Erega natwe abasore turageragezwa kenshi cane. Ntituzi n’ukuntu abanyeshuri bamwebamwe baronka inomero zacu za terefone.” Vyemezwa na A.N, umwigisha wo kw’ishure rimwe mu y’abikorera utwabo mu gisagara ca Bujumbura. Aho rero womengo uwuronderwa ni umurezi! Atarya umunwa ati: “Abanyeshure bamwe b’abakobwa ni abahinga. Baragerageza uburyo bwose kugira bakuronke. Aho na ho nta kindi kiba gisigaye.”
Ivyo rero biragoye kwerekana ko umunyeshure ariko arakuraba icoroshe kuko nta kivyemeza. Ku bwa N.P umwigisha wo mu Kayanza yamaze kuja mu karuhuko, avuga ko amategeko y’Uburundi adatomoye ku vyerekeye imigenderanire hagati y’umunyeshure n’umwigisha (kugeza naho bahuza ibitsina).
Ngo gupfungwa gushika ku myaka  20 bikurikizwa mu gihe umunyeshure akiri umwana gusa. Ngo ni ho uhanwa nk’uwafashe ku nguvu.
Fidela, igishushungwe
Ku murwa mukuru  w’intara ya Ruyigi, Fidela ni izina abavyeyi bakoresha bagomba kubuza abakobwa babo kugiriranira imimenyerano n’abigisha babo.Abarezi ni na ryo zina risigura umurongo ntarengwa. Mugabo rero nta na kimwe cibonekeza cotuma umwigeme aba uko….  Uwo munsi Fidela ntiyari yiteze kugenderwa n’abamenyeshamakuru kubera ko ibibazo vyabo bigoye kuva imbere. Aho hose wewe yaripfuza kuzokora uwo mwuga. Ibitahavuye bikunda kuko uwomuhaye ubumenyi kugira akore uwo mwuga yamuhaye ibindi. Ni umukobwa w’imyaka 20 mugabo umuraba ntibimusa womengo afise 15. Yatwakiririye mu rugo iwabo. N’umubabaro mwinshi, aguma agaragura ishapure yiwe. Yatubwiye ko agira kabiri mu bana batandatu bavukana. Ntibagira se, abana na nyina n’abo bavukana mu kazu gato ku mutumba Ruhwago muri komine Ruyigi. Aricuza cane kandi afise agahinda ko kubona yarahemukiye umuvyeyi wiwe yita mu ziko azinduka mu ndimiro kugira abana biwe bashobore kwiga. Haheze imyaka ibiri, ntiyari azi ko yobonye ayari aho. Yaguye mu mutego  Mu myaka ibiri iheze, Fidela yari mu mwaka w’icenda kandi nta kindi cari kimuraje ishinga atari ukuronka amanota meza mw’ishure, maze akigira mu w’icumi. Ni co gituma ata co yinona igihe umwigisha wiwe w’icongereza yamuterefona amusaba ko bobonana. Akamumenyesha ko inomero yiwe ya terefone yayihawe n’umunyeshure bigana. Isango rigeze, umwigeme utanka yaragiye kuraba umwigisha aho  yaba hirya ku mpera z’igisagara  ca Ruyigi. Umunsi wa mbere ngo kwabaye ugusubiramwo ivyo bari bize mw’ishure. Umunsi ugira kabiri ngo yamubwiye ko adashobora kuyoberwa mu congereza no mu bindi vyose uwo mwigisha azoba ariko aracungera mu kibazo. Fidela ati: “Uko vyagenda si ukundi. Narakora ikibazo nk’abandi, nsohotse ngakorera ku rundi rupapuro ntanga inyishu nziza, na we akimenya ingene anyuranya za mpapuro hakagumamwo ururiko inyishu nziza.” Ivyo rero ntivyijana. Amajambo asosa yahavuye asubirira icigwa c’icongereza, kumukorakora biba ivya minsi yose maze bahava bakora n’ikizira kandi kenshi. Nya mwigeme yagokeye ubusa, kwa kumenya yarondera ntiyabironse. Yaciye atwara inda haheze amezi abiri. Rurangiranwa mu bibishe  Iyo nkuru yaciye ishikira Siriveri. Na we yaciye aronderera uruhusha  nya mwana amujana kw’ivuriro. Basanze yarasamye. Yarariye umutima amenyo araza kubisigurira umuvyeyi w’umwana nk’uko Fidela abivuga ati: “Inama y’umuryango yaciye ikorana mugabo ivyavamwo nari ndabizi. Basavye Siriveri kuvyemanga no kugira ibikenewe vyose, na we yavyemeye adahigimye.” Bukeye bwaho, bamusavye kuza gushira umukono ku rwandiko ruvyemeza, na we aravyemera kandi ngo bibere aho atabamwicura, na bo baravyemera. Bukeye bwaho, Siriveri ashitse, atazi ko vyamenyekanye, twagiye tubona haheze akanya umuyobozi w’ishure yigishako ashitse ari kumwe n’abamenyeshamakuru . Bano baciye batangura kubacanira ibibazo. Umuyobozi yaciye amenyesha ko agiye kurondera umutahe wo kumuhagarika. Ubwoba bumutekeye, nya mwigisha yaciye anyika. Mugabo kubera yari yamaze kuba rurangiranwa, haheze amezi abaporisi bamuhumutseko bamuta muri yompi. Yamaze amezi atanu ari mvuto. Igikomere ku mutima  Siriveri arekuwe, ntiyasubiye guhonyoza ikirenge kwa ba Fidela. Nya munyeshure akuriwe yari  agorewe iwabo, asigaye ari ak’amenyo mu kibano na we aguma yigunze. Inyuma y’amezi atatu nya mugabo arekuwe, Fidela yavyaye umuhungu. Yaramubona amwenyuye akumva araruhutse gatoya ku mutima mugabo ntivyari vyoroshe kuko ubukene bari bafise ntibwagira izina. N’agahinda kenshi ati: “Uwarushe ntaruhuka, umwana amaze amezi umunani yararwaye aca yereka umukondo ijuru”. Ku murwa mukuru wa Ruyigi, Fidela yahavuye aba iciro ry’umugani, akarorero k’ikizira abavyeyi bafatirako mu guhanura abana babo. Naho yabonye ayo makuba yose, yizeye ko azosubira kwiga ni yo yaronka uburyo. Mugabo rero kubera ivyamubayeko ntatekanye. Tukiri kumwe yaritavye iterefone y’abantu bari mu baharanira agateka k’umukenyezi bashaka ko yoshinga intahe na we arabankira. Ico ngo yipfuza ni ukugerageza kuvyirengagiza, kwiyibagiza ivyo ahitiyemwo.
Umurundi yamye apfana isoni
Mu gihugu hagati wumva bavuga ko « bose bumvise uyu canke uriya, umugenzi w’umugenzi, gisanira, umubanyi »… Ku bisigaye bose ni nwe ! Kw’ishure ryisumbuye rya Kayanza (lycée), twahashitse ivyigwa birangiye. Abanyeshure bariko baja mu buraro, mugabo batihuta. Bamwe barashimye kwiganirira n’abo babonye bavuye i Bujumbura ari bo twebwe.Tweho rero twaciye tududurirako. Tubaza duti : « Muramaze kwumva ibijanye no kwideribera ngaha ? » Agacere ngo nwe! Brian, umuhungu yiga mu w’icumi na kabiri ati : « Uvuze  uti ? » Beguwe n’agatwengo  bose. Aca aratubwira ko ivyo bitabaho na ho nyene wamengo arinanase yubahurwa n’uko babanje gutwenga.Iryo shure ntitwiyadukije kuritora. Abasanzwe baritazira « Ntahondereye », bikumvikana ko abiga ngaho atari abamarayika.Iryo shure rifise uburaro bw’abahungu n’abigeme, biravugwa ko rimwe na rimwe mu mwanya wo gusubiramwo ivyigwa vyabo, abahungu n’abakobwa bamwebamwe baba bari mu bindi, ku buryo iyo umwaka urangiye hari abakobwa bataha bafise igicuro mu nda (bibungenze). Ridwina, umunyeshure waho afise imyaka 16 ararahira ati : « Aho hari kera »Ivyo rero birashimangirwa na Yuvinari Mbonihankuye, umuyobozi w’ishure amenyesha ko ivyo vyoba vyarabaye mu bihe vyashize, mugabo ubu ngo ata n’umwe barapfa bumvise yoba yakoze iryo shano. « Biriho naho bitavugwa »  « Nemeye gusubiramwo umwaka wa mbere muri kaminuza mu gisata c’ubuvuzi kubera ko nankiye umwigisha ko turyamana. » Bivugwa n’umunyeshure yiga muri kaminuza imwe iri mu buraruko bw’igihugu.Nya mwigisha ngo yari azwi n’ubuyobozi n’abigisha ko umenya iwe muri ubwo buryo buhumanye mugabo ngo ubuyobozi bwa kaminuza ntibamukakaza. I Gitega, mw’ishure rimwe ry’abigenga, abanyeshure bamenyesha ko naho izo ngeso zitabuze bigoye kudomako urutoke kuko ngo babigirira mu mpisho. « Igitangaje gikomeye ni iyo igihe umunyeshure ubona mw’ishure ata co ahanoba ukaja ubona abaye mu ba mbere mu mpera z’umwaka. » Kuva mu bumanuko gushika  mu buraruko uciye mu ntara zo hagati, uwo mugirwa uriho, mugabo birahishwa bagakubura agahishamwanda bakavuga ko iwabo vyera ngo de ! « Iwacu iyo ngeso ntayiriho », kubera ko ata kivyemeza bafise. Aha rero umwaka w’ishure ugira urangire, no « kwideribera » bibone kwaduka.
Ibiterasoni bigoye kuvuga…
Kuryamana n’umwigisha wawe kugira ngo uronke amanota meza, ni uburyo abanyeshure bamwe batoye. Biriyamirizwa naho bigoye kuranduranwa n’imizi. Abayobozi ntibiyobagiza ko iyo ngeso mbi iriho…  Turi igihe c’isaha zine n’igice zo mu gatondo kw’ishure rimwe ry’abigenga mu gisagara ca Bujumbura. Ni mu mwanya w’akaruhuko. Abanyeshure baranyagara irya n’ino, hamwe usanga bari kumwe n’abigisha bavugana. Hamwe ubona hari abasa n’abatanga amategeko, ahandi abanyeshure baza bitura abigisha. Uretse umwambaro w’ishure, n’uwujejwe indero aguma yamama ngo ntihagire uwusimba uruzitiro rw’ishure, nta na kimwe cerekana ko hari ishure. Abanyeshure biyambariye utujipo tugufi, imishatsi irahinduye, abandi bafise ibisuko, barikora uko bashatse bakambara amahereni n’ibindi. Haheze iminota cumi n’itanu, inkengeri ibamenyesha ko akaruhuko karangiye iravuga. Umwigisha umwe ashikiriye abo banyeshure abasengasenga, nk’uko womengo barangana ati : “Ni mwinjire basha!” Bano na bo bariko barinywera isoda ata co binona bafungura n’ibitumbura. Haheze umwanya, M.I, umuyobozi w’iryo shure ahava aremera kutuganirira. Ameze nk’uwicuza kandi abuze uko agira. Ati: “Ishure ryacu, abashika 80% bahigira ni abakobwa, na yo abahigisha bakagirwa ahanini n’abasore”.Amaze imyaka cumi arongoye iryo shure, aremera ahigimanga ko hari ivyo yumvise. Nk’uko womengo ashaka guhisha ako kabi kabishe, aremeza ko mu myaka ibiri iheze bitigaragaje cane. Akagira ati; “Hari umunyeshure yitwariye umwigisha ngo yamusavye ko yohebana n’umusore bagendana, maze agafatana na we. Aho ngo yamubwira ko avyanse amuyobeza.” Agahabwa rero ku bw’uwo muyobozi ngo kahabaye haheze imyaka itatu. Yemeza ko bagize amatohoza mu mpisho. “Umwigisha yari yavyigamvye abwira uwo bakorana.” M.I yemeza ko nya mwigisha yakuwe mu kazi ubutarariye. Kuva ico gihe iyo ngeso ngo ntirasubira kwigaragaza.“Twama twumvise binugwanugwa ko hari imibururano hagati y’abanyeshure n’abigisha mugabo nta vyo twofatirako dufise bigaragara.” Naho umuyobozi avuga ko ababi ari abigisha, ariyamiriza abanyeshure  bama bashaka kwunguruzwa uko bigenda kwose ati: “Haraheze imyaka ine numvise umukobwa yoba yamenye biciye muri ubwo buryo. Narabimubajije mugabo arabirahira. Aca aruhira guhindura ishure.” M.I aremeza ko adashobora kuba hose mu gishingo kimwe mugabo ngo biragendeka: “Kw’ishure ryacu nta vyo kwangatwa bibaho. Izo nyifato iyo ziba zikiriho nobimenye.”  Barabihisha?  A.N amaze umwaka yigisha kuri nya shure mugabo ngo ntarumva na rimwe ivyo bintu. Naho atavyemanga, avuga ko “ata mwonga ubura isato….” Iyo bari mu nama, ubuyobozi ngo bwama bwagabishije abigisha bubabuza “gutangira amanota mu vyumba” . Mugabo rero ngo muri uwu mwaka w’ishure, ngo ntavyigeze bija ahabona. Yamara rero A.N aremeza ko vyama vyavuzwe ko hari imibururano hagati y’abanyeshure n’abigisha. Ati: “Nta mwigisha aradomwako urutoke.” Ku bwa A.N iyo ngeso nimba ihari, bibera mu mpisho. Bose birabaraba |P.M ni umuvyeyi. Abona iyo ngeso ukundi. Ku bwiwe, iyo umwana yitwaye nabi ngo bitukwa umuvyeyi. Ngo abana b’ubu barataye indero. Ni umuvyeyi w’umwana umwe kuri iryo shure. Wewe ngo nitiyigeze ahigimanga na gato kwandikisha umwana wiwe ngaho. “Iri shure ritunganije neza ugereranije n’ahandi usanga bitwara nk’impene zo mu ci atacamira”. Ni ko abibona.
Ku bijanye n’ingeso  yo “kwideribera”, uyo muvyeyi wewe  ntaco abivugako. Nyabuna ngo ico amaze kwumva ni abanyeshure baha igiturire abigisha  babo kugira  babahe amanota. Akagwa akavyuka  ati: “Mugabo rero  hari abanyeshure b’abakobwa bamwebamwe bitwara nk’abadandaza umubiri. Ivyo na vyo bitukwa ubwa mbere abavyeyi.”
Ihiganwa rije guhangana n’inda z’indaro mu masomero, mu ntara za Gitega, Muyinga, Bururi na Rumonge
Amashure ari mu ntara zine arizo Gitega, Muyinga, Bururi na Rumonge ni yo aza kw’isonga mu bitigiri vy’abanyeshure batwara inda z’indaro kuva mu mwaka wa 2014 gushika mu wa 2017. Ni muri iyo ntumbero ubushikiranganji bw’indero n’inyigisho z’imyuga bufadikanije n’ishirahamwe mpuzamakungu Care bwatunganije ihiganwa ry’inyandiko muri ayo mashure kugira batuze iyo ngeso.
Kuri uyu wa 31 rusama, ubushikiranganji bw’indero n’inyigisho z’imyuga bufadikanije n’ishirahamwe mpuzamakungu Care, bwuguruye icese ihiganwa ry’ukwandika ryerekeye ihohoterwa rifatiye ku gitsina na canecane inda z’indaro mu ntumbero yo gusubiza agateka umwigeme nawe yige yisanzuye, yubahirijwe mu gateka kiwe. Umushikiranganji w’indero Janvière Ndirahisha, agira ati: « Iryo higanwa rije  hageze kuko rizofasha ubushikiranganji kumenya aho igikorwa kigeze mu kurwanya inda z’indaro mu mashure biciye mu migwi ihasanzwe yiyemeje guhagurukira kugwanira agateka k’umwigeme no kugwanya inda z’indaro mu mashure. Rizokoranya abanyeshure, abarezi eka n’abenegihugu bose bo mu micungararo y’ishure bavyipfuza kugira ngo haboneke amashure meza arangwa n’inyifato ibereye, amashure agwanya bishemeye ihohoterwa rifatiye ku gitsina ». Iryo higanwa ryoba ritunganijwe gute? Iryo higanwa rizobera mu makomine 28 agize intara zine (Gitega, Muyinga, Bururi na Rumonge). Ibitigiri vy’abanyeshure biga muri ayo mashure shingiro n’ayayakurikira ari muri izo ntara bikaba ari 5000 . Umunyeshure wese azokora ico kibazo co kwandika, azisunga icivugo : « Ishure ryiza aho naribonye, aho narisanze », maze hatangwe amanota, haboneke aba mbere biyambitse umutamana, haboneke n’ishure ryiza riza ubwa mbere mu guharanira agateka k’abigeme no kurandurana n’imizi inda z’indaro mu mashure. Naho ubushimwe butaramenyekana neza, Umushikiranganji w’indero aremeza ko abazoba bakoze neza batazotaha iminwe misa. Hari umwizero ko iki gikorwa kizogira ivyo gihindura? Juvenal Afurika ni umuyobozi mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu Care mu Burundi. Kubw’iwe, iki gikorwa c’ihiganwa cimirije kuba, ngo hari ivyizigiro ko kizogira ico kimara, kuko ngo amashure azoba yaronse amanota meza azoheza akabera ayandi akarorero ndetse bigatuma ayazoba yabaye ayanyuma agira inguvu mu kugwiza inyigisho zo kurwanya iyo ngeso isa n’iyabaye akaranda mu mashure. Eka n’Umushikiranganji Ndirahisha ngo arizigiye ko iryo higanwa ryimirije kuba rizogira ico rifashije ubona ko ivyiyumviro bizokwivira muri urwo rwaruka nyene. Ngo mu vyo bazokwandika bazomenyesha kumbure ikibatera kuja muri izo ngeso, ingorane n’intambamyi bahura eka mbere banatange n’intererano bo nyene y’ivyokorwa kugira ngo bihere burundu. Ikibazo c’inda z’indaro zatse indaro mu mashure n’ihohoterwa ry’agateka k’abakenyezi muri rusangi ntigikwiye kuba ica bamwe mu gihe abandi biraramiye. Nyabuna tuje hamwe, umwe wese agire ico akora, duhagurukire rimwe tukirandurane n’imizi, twese biraturaba.
Umushikiranganji Ndirahisha arakeza abanyeshure biga, bakamenya, kandi bariko barikorera utwabo
Naho gushika ubu hakiri abatari bake mu rwaruka rw’abanyeshure bagitwikiriwe n’igitutu c’uko bakirangiza amashure bazohita baronswa akazi na Reta ivyo bikabatera kuguma bareze amaboko, hari abandi bariko bakorana ubwira budasanzwe mu kwikorera utwabo kandi ivyo bakabifadikanya n’ishure. Bene abo, barakwiye gushigikirwa. Tubishikirizwa n’Umushikiranganji w’Indero n’Inyigisho z’Imyuga, Janviere Ndirahisha.  Kuwa 28 Rusama 2019, mu nyubakwa y’ubushikiranganji bw’indero n‘ínyigisho z’imyuga habereye ibirori vy’ugushigikira urwaruka rw’abanyeshure bo mu mashure shingiro mu bikorwa vyo kwikorera utwabo aho baronkejwe ibidandazwa vy’ubwoko butandukanye bivanye n’uko umwe wese yari yarerekanye urutonde rw’ ivyo yipfuza guherako kudandaza. Si ivyo gusa, hari n’ibishingantahe vy’abari barakorewe igikorwa nk’ico mu mwaka wa 2017. Abahawe umutahe ubwa mbere vyabagendeye gute ? Kwizera Samuel ni umwe mu banyeshure baribararonkejwe umutahe. Agira ati : « Jewe nari nahawe umutahe w’amakaye 12. Munyuma y’aho ndandaza ubuki n’ifu y‘umusururu, ariko kubw’uko ubuki butanyoroheye kudandaza, nahavuye ndabuheba ndandaza amasabuni, ubu nkaba ngeze ku bihumbi amajana atandatu na mirongo ibiri (620.000) vy’amafaranga y’amarundi. Ivyo bikorwa nabifadikanya n’ishure kandi ntaco vyanyiciye kuko mwishure nagumye menya ukuri kwamye.» Abanyeshure bahawe udushimwe kubera bazi gutunganya ibikorwa vyinjiza amahera, kandi bakiri ku ntebe y’ishuri (© Burundi Eco) Irankunda Lucie nawe agira ati : « Nahawe ifarini n’ibindi bijana mu gukora ibitumbura. Vyose hamwe vyari bifise agaciro k’ibihumbi 38.400 ariko gushika ubu ngeze ku mafaranga y’amarundi 250.000 n’ay’umutahe natanguranye hejuru. Ego rimwe na rimwe vyarashika nkahomba ariko ntivyanciye intege, narakobeje. Ivyo bikorwa narabikora kandi niga, kandi vyose bikagenda neza n’ubu ndabandanya ». Bahejeje gushingira intahe urwaruka rubakurikiye uko vyabagendeye, Appolinaire Harerimana umwigisha mukuru yaserukiye ishirahamwe Start up rifise icivugo:«Rwaruka haguruka» rikaba rikorana n’ubushikirangaji bw’inyigisho, rironsa urwaruka rwo mu mashure shingiro inyigisho zo kugwiza itunga biciye mu ngiro, agira ati : « Birakunda ko igikorwa co kugwiza itunga kibangikanwa n’ivyigwa kandi ukazoja guheza amashure yawe ushobora kwirangurira imigambi utazeye inze.Turigisha abanyeshure bo mu mashure Shingiro kugirango tubafashe gushira mu ngiro ivyo baba barize mu cirwa co kwikorera utwabo kandi ntaco dusaba». Ni bangahe bahawe umutahe, bahawe iki ? Bose hamwe, abahawe umutahe bari 6. Akanyamuneza kari kose kuko n’ubwo ata n’umwe yaronkejwe ibidandazwa birenza amafaranga y’amarundi 45000, bizera ko ivyo bike bizobungukira vyinshi. Hatanzwe amagi, amavuta, ikarato y’ifanta , ifarini, n‘ amasabuni. Bose ntibaronse bimwe. Umwe wese yahawe ivyo yasavye abona ko vyomuteza imbere bibaye arivyo ahereyeko. Kubw’umushikiranganji w’indero, urwaruka rukiri ku ntebe y’ishure, rurakwiye gukura amaboko mu mpuzu ntirurindire ngo ruzokora utworuteza imbere ruhejeje amashure y’arwo kuko bishoboka ko umuntu afatanya ishure n’ibikorwa vyo kwiteza imbere kandi vyose bikagenda neza. Ngo kugira utangure kwikorera utwawe ntibisaba guhera ku mutahe munini ahubwo bisaba umutwe.
Ikiyago kiryoshe kuri « Ecole Belge » ku vyerekeye indero mu mashuri yo mu Burundi
Imico imwimwe y’ikirundi, inda zitipfujwe, ugutotezwa… ni zimwe mu nzitizi zibuza abana kubandanya ishuri mu Burundi. Kuri uyu wa 14 ntwarante, ikinyamakuru Jimbere caganiriye n’abanyeshuri bo kw’Ishuri ryitiriwe Umubirigi (Ecole Belge) intambamyi urwaruka ruhura mu mashuri n’ingene rwokwumíra kw’ibanga ry’ukwiga Akanyamuneza kaharangwa ntiworaba, ariko reka banezerwe ni ko, bunze ubumwe! Abazungu, abirabure, abadimudimu, bose bayaga ururimi rumwe kuko bagize ishuri umugenzi. Ibitabu vy’ugusoma, abigisha babishoboye, imashini z’ubuhinga bwa none ziharangwa, emwe ni ukwidoradoza! Kukaba nkako, ishuri n’iryo soko ry’ubumenyi n’iterambere! Naho biri ukwo, abanyeshure bo kuri iryo shuri baramenyeshejwe ko ubukene, intambara, indwara, imico imwimwe y’ikirundi, ugukumirwa, uguhohoterwa, habaye haravugwa ivyo gusa, ko hari aboshobora kubifatirako mu kubona ko umengo hari ho abagenewe kwiga n’abandi kwiga bavyiyumvira nk’umugani. Maze bakagira bati: “ Hobe ivyansize”! Haba namba! Niho rero hasigurwa uruhara rwa Unicef ku bijanye n’indero y’abana aha mu Burundi… Kuko ukwiga ni inzira irashe ishikana kw’iterambere ridakumira. Unicef, “Hora mwana”! Nta mwana wo kuburizwa uburenganzira bwiwe bwo kwiga bivanye n’ico ari canke urukoba rwiwe. Ahubwo arakeneye gukingirwa, agahabwa uburenganzira bwiwe bwose. “Unicef ihari kubera hariho abana. Iharanira gukingira agateka kabo no kubafasha mw’iterambere” . Vyavuzwe na Etienne Niyongabo, araba ibijanye n’imiyabaga muri Unicef. Ni naho iryo shirahamwe mpuzamakungu ryashinze umugambi waryo “Twige twese”, uronse ibikoresho vy’ishuri abana bose bakwije imyaka yo kwiga n’abasanzwe biga mu mashuri shingiro kugira baje kw’ishuri kandi bayaheze. Ny Lova Mbolahery Rajonson umuhinga w’indero muri Unicef avuga ko biciye mu mugambi “Twige twese”, Unicef ihimiriza abana bose kwijukira ishuri, ikanahamagarira abahevye bivuye k’ugutwara inda, gutotezwa,… gusubira kwiga. Agira ati: “Umwana wese w’umurundi agikwiza imyaka itandatu ategerezwa kujanwa kw’ishuri, yige agere mu w’icenda, akore ikibazo abandanye igice ca kabiri c’inyuma y’amashuri shingiro, uwudatoye ikibazo na we aje mu y’imyuga.” Abana bo kuri Ecole Belge barabajije ibibazo vyinshi bijanye n’ubuzima abana ba ruguru babayemwo. Nko kumenya amaherezo y’abadashoboye gutora ikibazo gitanga uruhusha rwo kujabuka ishuri nshingiro, uko abakobwa bagiye mu butinyanka babigenza kandi hazwi ko amikoro y’imiryango myinshi mu gihugu idashemeye, ikibazo c’amashirahamwe avuga ko aharanira inyungu z’umwana mugabo abana benshi bakabandanya baba mu buzima bugoye, n’ibindi n’ibindi. Jimbere kw’ishuri Ikinyamakuru Jimbere gifashwe mu mugongo na Unicef, carerekanye ko kw’ishuri umwana ahura n’ingeramizi nyinshi zishobora gutuma ata akomoka. Si ikinyegezwa: hari inkoni, ibitutsi, amabi afatiye ku gitsina, agasuzuguro, kuryagagurwa, guhohoterwa, gukumirwa, inda zitipfujwe… Martine Nzeyimana, arongoye uruganda rwandika ibijanye n’uraruka mukinyamakuru Jimbere ati: « Birakwiye rero ko agateka k’umwana kubahirizwa, akigishwa neza maze akanaronswa n’ibitabu, kugira abone kwiga ata co yinona ».Ni naho abamenyeshamakuru b’abana ba Unicef babonekera, mugufasha guhimiriza Abarundi, na cane cane abatwara, ngo biteho gutorera inyishu z’inzitizi zituma abana batiga neza, canke ngo baje kw’ishuri. Inamigisha Noëlla Chelsea, umwe muri bo, agira ati: “Kumenyesha amabi yose abana bakorerwa , .., kubakaburira gukunda ishuri, kugarukana kw’ishuri abahevye, biri mu mikorere yacu. Ni vyo dushimikirako cane”. Jassalh Saleh Assissa yaserukiye Ubushikiranganji bw’indero y’amashuri matomato n’ay’isumbuye hamwe n’ay’imyuga, abona ko ari ibara ku mutemere kw’umva ko hakiri inkoni ku mashuri. Agira ati: « Kw’ishuri ntategeko na rimwe ryemerera umurezi gukubita umuregwa, kuko uwuramutse abikoze ahanwa hisunzwe amategeko abagenga».Ahasigaye, Jassalh Saleh Assissa yagize ati: « Reta yashize amashuri n’amagara y’Abarundi imbere mu migambi yayo y’iterambere ry’igihugu ifatiye kuri bose. Ni vyiza ko ibiyago nk’ibi biba kugira ngo urwaruka nka mwebwe rumenye ibiriko birakorwa n’inzitizi mu bijanye n’indero, maze umunsi uri izina mwakuze, muze mugire ico muterereye mugushigikira ineza ya bose ».  Ubutaha, ikinyamakuru kizogendera ishuri SOS.
Ngo ikirundi ni ururimi rukenye? Haba namba …
Ururimi rw’ikirundi rubitse ubutunzi bwinshi. Ivyo ni ivyagaragariye mu birori vyo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe ururimi kavukire. Vyari vyatunganijwe n’ishure Kaminuza ry’Uburundi ryifadikanije n’ikigo CEBULAC.  Denis Bukuru, Umwigisha wa kaminuza mu gisata c’indimi n’imico kama y’abanyafirika ati: “Mwari muzi ko hamaze kwandikwa mu Kirundi ibitabu vy’imitsindo vy’abarangiza kaminuza bishika ijana”? Uyo muhinga aragaragaza ibintu bitandatu abarundi bihendako ku rurimi rwabo: Ngo ikirundi kirakenye ? Bukuru arabibeshuza. Ati : “Ikirundi kirafise amajambo atomoye ashobora gushikiriza ivyumviro birashe vy’ubumenyi n’ubuhinga bwa none”. Uburorero atanga ni: umuyagankuba, ikigendajuru, imitsi nsanzazamaraso ni amajambo y’ubuhinga abarundi badafise ariko bakoresha. Ferdinand Mberamihigo we avuga ati: “Ni twaba tuvuga ko ikirundi gikenye, duce twemera ko n’izindi ndimi zikenye”. Atanga akarorero k’amajambo ururimi rw’ikirundi rufise, ariko mu rurimi rw’igifaransa atabaho canke bataronkera insiguro. Akarorero: Gutengata, amakaba, amarindira,… Hari n’ayandi majambo y’ikirundi yikwije, ata jambo rimwe riyasigura rihari mu gifaransa. Ni nk’aya: Guheka (mu gifaransa: porter sur le dos). Ferdinand ati « porter sur le dos » nticama gisigura mu kirundi guheka. Muri make ati « nta rurimi rukenye, rumwe rwose ruvuga ivyo rukeneye ». Ikirundi ngo ntikirenga imbibe? Ishwi mama! Ikirundi kirarenga imbibe mbere kigashika no mu makungu. Bukuru ati: “Mu Burundi ikirundi kivugwa citwa ikirundi, mu Rwanda citwa ikinyarwanda, muri Congo citwa ikirundi canke ikinyamurenge, muri Tanzaniya kivugwa ari Igiha, igihangaza canke igishubi, muri Ouganda kivugwa citwa ikivubira,… mbere kiravugwa no mu mahanga hose ahantu haba abarundi canke ku masamirizi mpuzamakungu nka BBC na VOA). Ikirundi ngo ni co kuvuga gusa? Ahibambe we! Umuhinga Denis ati “Biratangaje ingene inama, ijambo, ubutumire,… bitegurwa mu Kirundi yamara hageze gushikiriza icegeranyo kigatangwa mugifaransa”. Ivyo vyerekana ko abarundi twibaza ko ikirundi ari ico kuvuga gusa. Hageze kwandika tugakoresha izindi ndimi. Denis we arayica umurya. Ati: “Mbega nko gukora umugambi, ukawandika ku capa mugifaransa hanyuma ugaca ugishinga mu murima w’ibigori aho abagisoma batumva urwo rurimi bisigura iki? Ba kimyozi nabo nyene ati batangaza mu gifaransa ubuhinga bwabo bafise mu kumwa kandi bamwa mu Kirundi ». N’ubundi burorero bwinshi. Ngo ntawokwandika ubutohoji mu Kirundi... Dufatiye nko ku mwanditsi Ntahokaja Jean Baptiste, ibice birenga 70% vy’ubutohoji yagize yabwanditse mu Kirundi. Muri make ibitabo vy’imitsindo bimaze kwandikwa n’abamaze kaminuza birashika ijana. Ikirundi ngo nticotira amajambo mu zindi ndimi… « Eka da! Hari amajambo menshi mu kirundi dukoresha tutazi neza ko ari amarahurano. Ehe nawe irabire: ikawa, igitabu, ikaramu, isaha, isahani,… ayo n’amajambo yatiwe mu carabu aciye mu giswahili », nk’uko umwigisha Bukuru abisigura. Arabandanya ati: « Ishati, uburengeti, imodoka ni amarahurano ava mu congereza. Ijipo, ibiharage, itabi… na yo yavuye mu gifaransa. Patiri, imisa, umukirisu,… ayo yose yatiwe muki latini. » Ikirundi coba cononwa n’urwaruka. Habe n’intete! Bukuru ati: “Ukutacitaho kumenya ivya kera ngo tubivuge mu kirundi, no kutamenya ivy’ubu mu kirundi ni vyo vyonona ururimi kuko abakiri bato barahura ivyo bavuga babikuye kubakuze, mu nsamirizi, mu nama mu mashengero, mu binyamakuru, n’ahandi”. Gertrude Kazoviyo na we ati: “Ikirundi nticahawe ikibanza gikwiye mu mashure”. Aha afatira kumasaha make cane ahabwa ikirundi ugereranije n’ururimi rw’igifaransa n’icongereza.
Phase aller ya Primus Ligue?
Ce 30 novembre 2019, phase aller ya Primus Ligue yararangiye.  Mu gihe Messager Ngozi ariyo irongoye ihiganwa (32 points), mukeba wayo bisangiye igissagara Ngozi City niyo yanyuma ku manota umunani gusa ifise. Jimbere iragaruka ku vyaranze ico gice  « Phase aller muri rusangi yagaragayemwo une compétitivité de toute part. N’ikimenyamenya, équipes zari zimenyerewe mu bibanza vy’imbere nka za Aigle Noir, Vital’o, sizo zihari » observe Ismaël Kwizera a.k.a Nahodha, un des grands noms du journalisme sportif local. Gushika aho championnat igeze, nta équipe n’imwe itatsinzwe. Messager Ngozi ni yo équipe yatsinzwe gake (1 fois), Ngozi City na yo itsindwa nyishi (11 fois). B.S. Dynamique itwara i drapeau mu kunganya incuro nyishi (7 fois), mu gihe Les Lierres ariwo wanganije gake (1 fois). Messager Ngozi na Flambeau de l’Est bisangiye ikibanza co kuba batsinze matchs nyinshi (9), mu gihe Flambeau du Centre icigaruka igasangira na Atletico Olympique ikibanza c’imigwi yatsinze ibitsindo vyinshi (27 buts), nayo Ngozi City ikaba yaciye umuhigo mu gutsindwa ibitsindo vyinshi (32 buts).   Des équipes en quête de titres Muri phase aller ya Primus Ligue y’uyu mwaka, nta équipe yatinya iyindi. Vital’O, igihangange muri kahise ka football burundais nticabujije ko Ngozi City ya nyuma iyirahira. Kandi ni uko nyene haburana babiri hagatsinda umwe, urabona ko na Musongati hamwe na Bumamuru FC ata mahoro vyiteguriye guha iziri imbere yazo. Twitege ko bizomera nka Premier League yo mu mwaka uheze aho Manchester City yatwaye igikombe inyuma yo kumara toute la phase retour irusha inota rimwe Liverpool?  Ibiharuro vyo ku kibuga ico vyerekana umenga vyoshoboka ko Messager Ngozi itwara igikombe cayo ca kabiri, kuko iruhande yuko ariyo ifise défense ya mbere ikomeye (niyo imaze gutsindwa ibitsindo bike, 8 buts seulement), ifise n’umunyegori wa mbere muri championnat kandi n’abakinyi nka bose baramenyeranye kuko barakuranye. A moins que, Vital’O (5ème) ou Aigle Noir (7ème) zokora ibitangaza muri phase retour, et surtout Musongati canke Flambeau du Centre zosamara. #Burundi Les résultats compilés sur toutes les plateformes de vote du PPM concernant le choix du joueur du mois:  Nombre de votes valides: 5347;Iddy Museremu: 2213Elyphaz Ndayisenga: 2098Raoul Vyamungu: 1036Iddy Museremu est choisi comme le #PPM d'Octobre 2019. pic.twitter.com/YysrTm2SSL  Des équipes de
renoms zugarijwe n’ibibazo Iyo umuntu avuze football burundais, uhita wumva za Vital’o, Atletico Olympique, Lydia Ludic. Iyindi équipe iriko irondera ikibanza muri iyo migwi, ni Aigle Noir. Mugabo nayo yagize erreur yokwiyumvira kugurisha tous les cadres dont Nyange, Muryango, Titi bari bafatiye runini iyo équipe, irabahagarika. Ica irata ikibanza muri championnat. Imaze gutahura iryo kosa, yaciye ibagarukana.Ku ruhande rwa Interstar FC, twizere ko ibibazo bifatiye ku burongozi bigiye guhera kuko uyu munsi iramutswa le 1er Vice-Président de la République. Kucerekeye Vital’O, umenga ibibazo bitera vy’iyagrava kuko na ‘Yaoundé’ (Kanyenkore Gilbert yitwa ko amenyereye umwuga, kuko amaze imyaka 40 ari coach), yaraye abogojwe ku bintu aba fans bayo bavuga ko ari règlement de compte. Ikindi kibazo Vital’O yahuye na co ni uko équipe yose bari abakinyi bashasha, vyasavye un certain temps d’adaptation muri Primus Ligue. Quant à Atletico na Lydia Ludic, icizere c’uko hari ikizohinduka uyu mwaka kiri kure nk’ukwezi ku buryo guhereza basi muri bane ba mbere yoba ari intambwe, uyu munsi zikaba ziri mu bibanza vy’inyuma.   🔵⚽ Le 1/12/2019, @JimbereMag était au stade Ingoma de @Gitega pour suivre la rencontre de Musongati Vs Vital'O tenue en clôture de la phase aller de la #PrimusLigue. Vue aérienne du terrain, une merveille 😍#football #countryside https://t.co/gjQiTfyZK9 Ihindagurika
ry’aba coachs, kimwe mu vyaranze phase aller Imbere y’uko Vital’O isubiriza Yaoundé na Omar Ntakagero, ayandi ma équipes menshi yarahindaguye aba entraîneurs. Aho turavuga ama équipes nka Les Lierres, Kayanza United, Olympic Star canke Ngozi City, Inter Star. Iryo hindagurika ry’aba coachs, ni ikigaragaza ko bose bakeneye ikibanza ciza, kiva kuri compétitivité muri ligue.   Coté organisationnel, ihiganwa ryari ritunganijwe neza muri rusangi n’ubwo hari utuntu twagiye turigaraza. Mu ntango za Championnat arbitrage yaridogewe cane, heureusement les organisateurs se sont ressaisis championnat igiye guhera ata équipe yidoga. Akandi kantu nako n’uko hari ama-équipe yahejeje phase aller ayandi atarahera. Biragaragara yuko hamwe vyoba muri phase retour vyobamwo inryane kuko ntihobura équipe ivuga ko yazize ico kugira ikoroke canke ntitware igikombe. Vyoba vyiza ko muri retour hagize équipe igira ikirarane muri retour, ico kirarane cokinwa mu mwanya muto.
Gulain
11 décembre 2019 at 10 h 55 min											 Ni vyiza mugabo mugerageze guhitamwo ururimi mwandikako inkuru. Nimba ari ikirundi mwandike mu kirundi ,nimba ari igifaransa mubikore uko. Courage
« Mutombola n’abahungu biwe bagiye kuturwaza umutima »
Iyo n’inyishu Kenny yatanze abajijwe ukuntu yakiriye résultat y’urukino hagati y’Uburundi na Centrafrique. Yongera ati : « Jiwaze, depuis la qualification historique, intamba zacu zikubitwa nkizidahari. Muri CAN twavuyeyo avec 0 but et 0 point. Muri eliminatoires za Coupe du monde, zarinanase turanganya na Tanzania ariko nubundi zaruhiye kuvayo. N’ubu twari twizeye gusubira muri CAN 2021 ko twari mw’i poule ibayabaye, Mutombola nta kimenyetso nakimwe atwereka cuko hoba hari imigambi yo kudusubizayo ».   « La bataille est perdue mais la guerre continue ». Niryo jambo  ry’ihumure Reverien Ndikuriyo, President wa FFB yarungikiye abakunzi  b’umurwi nserukira gihugu inyuma ya match ya le 13 novembre. Ariko nabo  ntibavyumva gutyo. Uwuraho ati ubuja gusha buratagata, ku bakunzi  b’intamba umenga ugutagata ntikwimirije.   🔴⚽ Eliminatoires de la #CAN2021 : le #Burundi battu par la #RCA (2-0) pic.twitter.com/TofYcsTso1  Elvis, umwe mubakunzi ntahemuka b’intamba ati : « Nivyo baravuga ko umupira udunda, ariko udunda uja iyo wawuteye. Aba ba attaquants bacu kumenga gutsinda ntibiri muvyabajanye mu kibuga. Simbona ukundi nosigura ukuntu dushobora gukina 5 ou 6 matchs ata victoire n’imwe ? Bishitse tugatsinda, tuba twahuye na Soudan du sud yonyene. Nayone n’umusi n’umusi ikatwivyukiranya. »  None ikibazo c’Intamba ko kigiye kuba akananira bahinga ?  Umuzi w’ikibazo uragoye gutora ariko abenshi mu bakurikiranira hafi Intamba bafise même point de vue : « Le coach Mutombola et son staff sont les premiers responsables. Abakinyi ntaco umuntu yobagiriza kuko haza uwatumweko. Iyo ata musararuro atanga urasiba kumutumako ugatumako abariko barigenza neza. »    Mu gihe mu ma conférences de presse adahengeshenya kuvuga ko abakinyi  bameze neza, none insiguro y’ugutsindwa yoba ari iyahe ? Muri 6 matchs  officiels zakinywe, kuva kuya qualification contre le Gabon gushika  kuyiheruka yahuje Intamba na Centrafrique, batsinze 2 buts, batsindwa 11  buts avec un seul point sur un total de 18.    Uwundi mu analyste nawe ati : « Nta objectivité irimwo muri sélection no mu gupanga liste. Biragara yuko hakina amazina hadakina performance. Ni gute twosigura ko wosiba gutumako canke gukinisha umukinyi nka Laudit Mavugo yabaye meilleur buteur muri championnat ya Zambie tuzi ko imeze neza ukizera, Fiston abdoul Razak kuva avuye muri CAN ata équipe agira ? Ni gute hatumwako aba défenseurs batagira competitions bakina, Joël na Diamant, ukareka gutumako Ndaye Chancel ahagaze neza muri Chypre, na Trésor ari ntayegayezwa muri FC Léopards ? Canke bisigurwa gute gukinisha Shassir akina muri 3ème division muri Arabie Saoudite, ugashira kuri bench un élément nka Enock Nsabumukama ahagaze neza muri Zesco United iri muri les 15 meilleurs équipe muri Africa. Inka ikamwa ico yariye. Des fois les rotations des joueurs sont indispensables pour stimuler la compétitivité ».   N’ubwo biri uko, hari abandi babona ko coach arenganywa. Aho duhera kuri  imwe mu ndongozi z’igihugu. Willy Nyamitwe, très actif sur les réseaux  sociaux, agira ati : « Je ne suis pas de cet avis, je pense que Olivier Niyungeko est à la hauteur de la tâche. Il y a des facteurs plus exogènes qu’endogènes derrière cette défaite et mêmes celles du passé. Le Burundi doit d’abord investir plus dans le sport et dans le soutien apporté aux sportifs. ». Abandi nabo bati : « Umukinyi apimirwa muri match amical. Or, équipe national y’Uburundi nta matchs nk’izo ikina ku bwinshi. »  Je ne suis pas de cet avis, je pense que Olivier Niyungeko est à la hauteur de la tâche. Il y a des facteurs plus exogènes qu’endogènes derrière cette détaite et mêmes celles du passé. Le #Burundi doit d’abord investir plus dans le sport & dans le soutien apporté aux sportifs. Et un fan des Hirondelles de proposer une solution : « Nta yindi nyishu twokwitega atari ikorana des états généraux du football burundais. Cane cane, muri budgétisation bakibuka ama matchs amicaux kugira abakinyi bamenyerane. Bikenewe boterereza abarundi kuko vyarabonetse igihe baja muri CAN ko babashigikiye mu kubaterera ayarenga 500 millions Fbu. »  Résultats des 6 récents matchs :Burundi 0 – 1 Nigéria Burundi 0- 1 Madagascar Burundi 0-2 Guinée Burundi 1-1Tanzanie   Burundi 1-1 Tanzanie (penalty 0-3) Burundi 0-2 RCA
NESTOR
17 novembre 2019 at 4 h 36 min											 Hakenewe dialogue nationale y’anahingabose bizigiwe kugira ikibazo gitorerwe inyishu. Ingorane zozo ziribonekeza ko zihari.Umumenyereza nashikirize aho yibaza ikibazo kiri atahatoye akomborwe haze uwundi.
Imfashanyo y’ubuserukizi bw’Ubufaransa mu nkino z’abamugaye mu  Burundi
Kubw’iyo mfashanyo, abagendana ubumuga  bagiye kuza barakina agapira nk’abandi bose mbere n’amahiganwa atunganywe yaba ayahuza intara canke ibihugu . Bishikirizwa na Remy Ndereyimana aserukira ishirahamwe riharanira guha ikibanza kibereye abamugaye AIPH ku rwego rw’igihugu. Ibikoresho bigera ku 353 bigizwe n’imipira yo gukina, ivyuma baterura, imeza zo gukinirako wa mukino bita ‘tennis de table’ … n’imipira yo kwambara 720 izohabwa abanyeshure nivyo biheruka gutangwa n’ubuserukizi bw’Ubufaransa mu Burundi. Hakaba ari mu ntumbero yo gushigikira igisata c’inkino ku bagendana ubumuga. Uwo mugambi  uzomara imyaka 2 mu Burundi, uzokorera mu mashure asanzwe ashira mu ngiro indero idakumira nka FOREAMI, Ephphatha, Mirango1. Abamenyereza bashika kuri 13 baramaze gutegurwa mbere baza baratanguye igikorwa cabo. Intara zatangujwemwo vuba izo nkino zikaba ari Bubanza na Cibitoke nayo izindi 3 zisigaye arizo Ruyigi, Kirundo na Cankuzo zikaba zizoshikirwa hanyuma. Nk’uko bishikirizwa na Remy Ndereyimana aserukira ishirahamwe  AIPH (Appui pour l’Integration des Personnes Handicapées) mu Burundi, ngo ni igikorwa co kwishimira kuko caje gishitsa indoto zari zihasanzwe z’uguharanira guteza imbere inkino mu bagendana ubumuga. Remy Ndereyimana agira ati:« Hariho abantu bacibaza ko abamugaye ari abantu badashoboye ikintu na kimwe ariko burya umwe wese arafise impano kandi uwibaza ko atamugaye aba amugaye. Noneho rero bagiye kwibonera ko iyo ufise ubumuga haca havuka izindi ngabire. Nta mukino n’umwe ukinwa n’abibaza ko badafise ubumuga, abamugaye badashoboye usivye ko bamwe bakina bahagaze abandi bicaye. Imikino nka ‘Badmiton’, iyo kwoga, iy’amaboko, gusiganwa, yose irashoboka kandi bidatevye iratangura abarundi birabire izo mpano zari zarafuriwe». Abamugaye b’ i Buganda ku
gapira Ni mu ntara ya Cibitoke. Ubasanze
biyicariye mu kibuga wogira ngo ntaco bashoboye. Ariko hinge bagufatire
agapira, baragahererekanya ugasigwa. Urukino rwabo ntiworora. Ngo uwutagira
ukuguru na kumwe ntakina? Bakubesha. Abdara  Ndereyimana batazira Bagingi nta kuguru na
kumwe yifitiye. Amaboko arisha niyo agendesha nk’uko avyivugira. Ariko umushize
mu kibuga  aracapa agapira bikagira
inzira. Agira ati:« Agapira ndagakunda cane ahubwo nari naranizwe kuba kari
karatevye gushika ku gatumba iwacu. Burya naho benshi bibaza ko abamugaye
tudashoboye bakatwumvira impuhwe zirenze, vyinshi turabikora kandi natwe
turakenera kwinonora imitsi nk’abandi bose». I Gihanga muri Bubanza ho gute?  Aho vyakabereye ni kera, abagendana ubumuga bo muri zone Gihanga  ngo barahakanye gupfana ingese mu mubiri. Ni mu mugwi Mwizero sitting Volley ball. Mu bagize uwo mugwi, abo amaguru atanyunyutse yose, kumwe nikwo usanga gukomeye. Ariko mu guhererekanya  agapira hewe, ni wararaye. Barakayanga wohora uraraba.Uwaje kurorera atongeye amazi mu nkono niwe ahabonera. Emmanueline Ndayishimiye, niwe
ayoboye uwo mugwi. Agira ati:« Aha muri
komine Gihanga nta mugwi w’umupira w’abagendana ubumuga wari warahigeze. Ariko
ubu dufise umunezero nta ngere kuko natwe turinonora imitsi nk’abandi. Kuba uwu
mugambi waraje vyaduteye intege kuko twahora twikengera ariko tumaze kubona ko
dushigikiwe  twaranezerewe cane. Nubwo
hari aho dutaha twumva twahinyagaye tuzogumako kuko turakina abantu bakaza
kurorera natwe tukiyumva ibiro» . Ariko… Intambamyi ntizibuze. Nk’uko Emmanueline abivuga, ngo bakunda kugira ibibazo vyo kwiyunguruza. Kubera ko usanga bava kure na kure ngo birabagora kwama bahura kenshi kugirango bagire isubiramwo ata dukinga bafise. Uwo abaserukira agasaba abo bose bogira ico baterereye ko bobafasha mu kubaronsa n’umwambaro ubaranga kuko ngo abababona bari mu kibuga  bagira bati:Noneho rero vyakomeye vya bimuga vyasaze ». Ariko bakatubona mu mwambaro, bazobona ko turi abakinyi kandi dushigikiwe koko. Jean Claude Nimbona asanzwe amenyereza abagendana ubumuga bo mu ntara ya  Cibitoke nawe nyene aremeza ko ikibazo c’ukwiyunguruza ari nkoramutima. Agasaba  kandi  ko bokwubakirwa n’ibibuga vyabo kuko ikihasanzwe ari ikiri kw’ikomine gusa  kandi giharatura aba bantu bamugaye iyo bariko barasiganirwa umupira. Aho rero ntibirengagije kumenyesha ko n’akanyota kabagatura  iyo bahejeje gukina mu gihe vyasabwa ko biyuha akuya. Remy Ndereyimana akaba akengurukira cane Ubufaransa ku mfashanyo bwahaye ishiramwe ry’abamugaye AIPH mu ntumbero yo kubashigikira mu gisata c’inkino, akizeza abamugaye bariko barimenyereza ko bazobishobora kuko n’imigwi iboneka nk’iyikomakomeye uwu munsi vyabanje kuyigora mu ntango.
Menya imvugo zimwezimwe zijanye no gutigira muri za nkino z’igihamana
Mu gihe udashobora gutahura vyoroshe imvugo zikoreshwa na bamwe mu rwaruka rwatwawe na za nkino z’igihamana, twashimye kwerekana insiguro y’amwe mu majambo akunzwe gukoreshwa. Mu vy’ukuri iyo abakina za nkino z’igihamana bahuriye nko muri Sports4Africa canke Lotto (zimwe mu nzu bakiniramwo) baganira ibijanye no gutigira, usanzwe utabikora canke ngo ube wamana na bo, wokwibaza ko bariko barakuvuga kubera ko udashoka usobanukirwa imvugo bariko barakoresha kuko ibivugwa bitahugwa na banyene kubikora gusa. Bicaye ku gatebe barindiriye ko bugurura ngo batangure gutigira, Ndibanje Sylvestre, Bugabonimari François hamwe na Ndikumana David bari mu Nyakabiga ya gatatu kw’ibarabara ry’icenda ahari lotto bavugana ingene boshobora kugira urunani ngo babashe gutangiriza kugira umwe ahomvye uwundi yunguke gutyo baze barasabikanya inyungu n’uruhombo. Mu kiyago cabo, akenshi amajambo adasobanutse bakoresha yerekeza ku nyungu canke ku ruhombo. Amajambo y’abatigiye bagahomba Wibereye ku ruhande ubateze amatwi, ubona ko mu kuvuga batanarinda kwinyegeza, hari amwe mu majambo aguma agaruka udashoka utahura vyoroshe nka: umuzungu ntatoreka, yananiranye, ntaribwa, umuzungu agiye kutumara twese. Mu vyukuri ntivyoroshe gutahura mwen’izo mvugo udasiguje. Izo mvugo bazikoresha mu gihe bamaze iminsi batigira bagataha zirayoye. Iryo jambo umuzungu bakoresha bafatira ku kuntu iryo shirahamwe ryo gutigira ryazanywe n’umuzungu, Akaba ariwe baca bafatirako mu kivunga mu kuvuga ko yabananiye. Iyo bakorera mu nyungu naho… Hari amajambo amwamwe iyo bariko barayavuga bashimika mu vyukuri, bikerekana ko hari ikintu kibahimbaye. Kukaba nkako, nibahimbarwe baba batsinze umuzungu. Wumva bagira ngo: “Wa muzungu ejo naramufashe”. Aho rero utabizi wokwibaza ko bamufatishije intoke, uza gutahura insiguro y’ivyo avuze arengejeko igitigiri c’amafaranga yariye ku rukino yari yatigiriye. N’akanyamuneza kenshi, Sylvestre yigamvye ko yatigiye atanze amafaranga y’amarundi 500 aca atahukana 7500, gutyo aba arafashe umuzungu. “Kamenyekanye ak’umuzungu”.  Bugabonimari François avuga ko imvugo « twarakamenye » canke « karamenyekanye » baba bariko bavuga ko umuti canke ubuhinga n’amayeri umuzungu akoresha mu kugoresha urukino kugira yiyegeranirize amafaranga yabatigira bawumenye, kugeza naho kumurya ari nko kwitorera ku buntu. Sylvestre akaba yaciye yunganira mugenziwe mu kumenyesha ko umuzungu yakubitiwe mu Nyakabiga mu kibanza ca lotto gushika aho imashini itigirirwako ibijanye n’inkino z’umupira w’amaguru yayugaye akayijana, bakavuga ko yoba yaramuseseye umuti, akaribwa inoti nyinshi. Nahimana Emery ni umunyeshure yiga muri Kaminuza y’Uburundi. Hejuru y’izo mvugo urwaruka rwo mu makaritiye rukoresha mu bijanye no gutigira, yongeyeko ak’umwihariko ngo umuzungu aracometse. Aho rero baba bavuze ko nyene uruganda rukinirwamwo inkino z’igihamana atakigira ayo acira n’ayo amira k’ubwuko basigaye bamurya cane. « Nubwo bishika gake cane bamwe mu batigiye bakaronka amahera muri izo nkino z’igihamana, si ibintu vyo kwitega buri munsi kuko abahomba ari benshi cane. Ahubwo bakwiye kubiheba burundu », Ndikumana David, umwe mubariko baratigira. Uwo mukinyi aremeza kandi ko  uretse ivy’uguhomba, gutigira bisamaza cane kugeza aho uwuvyishinze ataco aba agihereza iminwe, kuko avyukira muri ivyo bibanza kandi iyo abuze ico asheta  handurukiramwo ingeso yo kwiba.
Ugutigira ku rukino ngo ni uburyo bwo gushigikira Intamba? Isomere ivyabaye muri Kaminuza y’Uburundi
Mu gihe kuri uwu wa 22 Ruheshi Abarundi isinzi n’abanyamahanga bari barindiranye igishika urukino rw’umupira w’amaguru ruhuza umugwi nserukiragihugu w’Uburundi n’uwa Nigeria muri za nkino z’igikombe ca Afurika (CAN2019), bamwe mu rwaruka bakunda inkino bazindukiye mu bibanza batigiriramwo za nkino z’igihamana ngo biyegeranirize amafaranga atabavunye
Kuva satatu z’igitondo, mu kigo ca Kaminuza co ku Mutanga aho bita kuri Bata akamashini gasohora amatike kari kamaze kuhashikanwa. Abatigira na bo bari batanguye kuhatumbera baza bayaga ivy’urukino rw’uwo munsi. Bamwe waza wumva ngo: «Turiyambika umutamana uwu munsi», abandi na bo ngo: «Sije mbona amasaha arageze ndabe ingene Uburundi bukubita Nigeria». Ariko na ho biri ukwo, abashigikiye Nigeria na bo nti batangwa no gukengera Uburundi. Ngizo induru z’uguharira rero ziba ziraduze, gutigira biba biratanguye. Bamwe, « Uburundi 1_0 Nigeria», abandi « Uburundi 0_1 Nigeria». Abamenyereye gutigira usanga ari abakurikirana cane inkino bazi n’abakinyi, ukumva bagira bati: «Iwobi arabamara»; agaca asaba itike itsindisha Uburundi.
Uwatigiye ko Nigeria itsinda, yatanze amahera 1.000 Fbu, yabwirizwa gutahukana 1.300 Fbu mu gihe ico gihugu gitsinze. Uwatigiye ko ari Uburundi butsinda nawe, ku 1.000 Fbu yiwe, Intamba zitsinze yari yiteguriye gutahukana 8.800 Fbu. Benshi rero babona gutigira intsinzi y’Uburundi, kuko ariyo yari ku manota menshi, na none niyo bari bafise ku mutima… Emmanuel ni umwe mu banyeshure batigiye ko Uburundi butsindwa. We agira ati: « Si ukuvuga ko ntakunda Uburundi, oya. Ahubwo nashatse nze ‘gufana’ neza. Uburundi ni bwatsinda ndanezerwa cane kuko sinza kuba mpomvye, ndatarika mu bandi nigina intsinzi. Nigeria niyatsinda naho ndaba ndiye amafaranga atamvunye ». Ni ko kwongerako ati : « Ukunda umugwi wawe, mu gutigira urawukubitisha kugira ibishika vyose uvyungukiremwo. Muri ico gihe iyo uhomvye amafaranga, unezerererwa umugwi wawe uba utsinze ». Eka no mu kibanza co kuri Lotto kiri mu Nyakabiga ku ry’10, gushika sakumi abantu bari bakubise harazima batabuza udutike, bagaca bicara baba bararorera ivyo basanze ku kiyo c’imboneshakure mu kurindira isango nyezina rya 19h00.  Urukino rwatanguye bose bagabirije Urwamo, uguharira ni vyo vyarangwa muri Salle Polyvalente iri mu kigo co ku Mutanga ca Kaminuza y’Uburundi, imbere gato ko urukino rutangura. Abatigiye bari bamaze gufata ivy’icaro vy’imbere abandi bahagaze irya n’ino, kuko babanje kuraba urukino rwahuje Ubugande na RDC.
Sibo babonye abakinyi bari bitezwe barasesesetse mu kibuga c’i Alexandrie mu Misiri, amashi n’induru vyahatswe kugurura amabati nkuko umenga barikumwe. Urukino rwatanguye baba abatigiye canke abatatigiye bose baroreye ingene ruza guhera. Burya ngo ivyica amahirwe nti bibura, haheze iminota icumi gusa urukino rutanguye, umugwi w’abanyeshure bake baserukira abandi baje umupira wamaze gutangura bashaka guhagurutsa bamwe mu bamaze gufata itongo (ikibanza : imvugo y’abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi), nabo baranana ngo umunyeshure angana n’uwundi. Nikwo guca bugara imboneshakure igice ca mbere cose c’urukino kirinda gihera batarorereye. Bamwe mu bariko barawurorera harimwo n’abatigiye baca bungururiza kuwukurikiranira mu bubare buri mu Nyakabiga nko Kuri Pamoja Hotel, Niwakal…, Nayo ku ry’10, ahakorera Lotto, nta muntu yarakironka ayo yicara. Urwamo rwo kuzomera ku mpande zose rwamena amatwi abahita, ntawari gutandukanya uwatigiye n’uwutatigiye. Ku munota wa 77 abari ku ruhande rw’Uburundi bwaciye bufuka umunwa kuko bari bahejeje kurya igitego c’umukinyi Ighalo, bamwe batangura kwikorera amaboko, abandi batangura kubara iminota isigaye ngo urukino rurangire, mu gihe abandi bo baguma bakora ku rumenyetso ngo amafaranga bahava bayacikana. Inyuma y’urukino … Inzira yose abarorerezi bagenda mu tugwi, bamwe bagenda barasiba Mutombola umumenyereza w’abakinyi ngo niwe abakubitishije, abandi na bo ngo: « Iyo menya, sinari guha Uburundi ». Prosper yari mu mugwi w’abari batigiye, agira ati: « Nabishimye kare, nta kuntu umumenyereza yari kurwana no kuzibira ngo tugende tudakubiswe », yongerako ati : « Ikizorikora, agafata umukinyi nka Ahmad Amissi yokina hakiri umwanya, akamukinisha urukino ruheze ! » Mu gihe bamwe bari bameze nk’abaguye mu mazi, abandi bo baguma bavuga ko Nigeria atari igihugu co kwigirako umupira. Abandi baba bariko bariyumvira ayo bazoja kwegeranya bakuye mu gutigira.
Abatatigiye bo bemeza ko Uburundi bwagerageje, eka mbere bufise n’abakinyi beza cane, ngo kuba bwarushijwe vyavuye ku kwihenda gato kw’abakinyi b’inyuma, bakizera ko imikino izokurikira bazoyitsinda yose. Nawe ni ko ubibona ?
Judo: «Uburundi  bugenda bwemye ata soni kuko bwariteye iteka»
Uburundi ntibugitangwa mu nkino za judo zitunganywa ku mugabane wa Afirika mu ntumbero yo kwironderera amanota azotuma bwitabira amahiganwa yo ku rwego rw’isi. Kandi buramutse bushitseyo, ntibutaha imbokoboko Nk’uko tuvyiganirwa na Phocas Mpezindagano, umunyamabanga mukuru mw’ishirahamwe rya judo mu Burundi (FBJ), « hari amahiganwa aba rimwe buri mwaka, n’ayandi bita ay’ ibikombe vya Afirika ». Ayo mahiganwa akaba atunganywa n’ibihugu bivyishakiye aho abavyitabiriye bahungukira amanota. Ni muri iyo ntumbero kuva kw’igenekerezo rya 2 gushika 3 Ruhuhuma, Uburundi bwatunganije amahiganwa yahuza urwaruka n’imiyabaga yo ku mugabane wa Afirika. Uburundi bukaba bwerekanyemwo ubuhinga mu gutahukana ikibanza ca mbere hamwe n’imidari y’inzahabu, ifeza n’imijumbu yose hamwe ingana na 71. Budakeye na kabiri, igihugu ca Senegal na Tchad vyaciye bitunganya na vyo nyene amahiganwa, aho Uburundi bwaserukiwe n’abakinyi batandatu, abahungu bane n’abigeme babiri. None ho vyagenze gute? Umwimbu bakuye muri Senegal na Tchad Phocas Mpezindagano agira ati: “Ubu tugenda duhagaze, twemye, ata soni dufise kuko twariteye iteka turerekana ko Uburundi ari igihugu gikomeye mu rukino rwa judo kugeza naho ibindi bihugu, inyuma yaho tubereye aba mbere aha mu Burundi, bisigaye bidutamarira”. Ku wa 14 Ntwarante mwak’uyu, isaha umunani z’umuhingamo ni ho imiyabaga n’urwaruka rukina urukino rwa judo baherekejwe n’umumenyereza wabo Bigirimana François bahaguruka ku kibuga c’indege ca Bujumbura baja mu gihugu ca Senegal mu rukino rwabaye kuva ku wa 16 – 17 ntwarante. Bigirimana François umumenyereza w’abakinyi agira ati: “ Naho tutabaye aba mbere urukino rwagenze neza. Twahakuye imidari 3 y’inzahabu, 1 w’ifeza n’3 y’umujumbu hamwe n’ikibanza ca gatatu”. Avuga kandi ko iyo Fleury Nihozeko atagira akagorane mu rukino rwiwe rwa mbere, imidari yari kwiyongera kuko uyo mukinyi azwi cane mu rukino rwa judo. Bavuye muri Senegal baciye baja muri Tchad mu mahiganwa yabaye kuva ku wa 23 – 24 Ntwarante. Bigirimana ati:” Abakinyi barakoze ibikora inka i Ndjamena muri Tchad, batahukanye imidari 3 y’inzahabu, 2 y’ifeza n’2 y’umujumbu hamwe n’ikibanza ca kabiri”. Muri ayo mahiganwa yabaye muri Senegal na Tchad, Uburundi bwahakuye imidari yose hamwe 14 harimwo 6 y’inzahabu, 3 y’ifeza n’ 5 y’umujumbu. Hakozwe iki ? Bigirimana François agira ati:” Twarahuye n’abakinyi bakomeye cane bo mu bihugu vy’abarabu nka Tuniziya na Maroke, turabatsinda. Kuba rero tutabaye aba mbere vyavuye ku bakinyi bake twajanye biturutse ku mpamvu yuko uburyo dufise atari ikirenga. Iyo twajana abakinyi benshi bashika nka 20 canke 30, nta nkeka ko twari gutahana ikibanza ca mbere kuko ababaye aba mbere bavuye mu gihugu categuye amahiganwa” . Niragira Ange Siella, ni umwigeme akina urukino rwa judo, mu batarenza ibiro 70. Ku mahiganwa aherukamwo agira ati: « Naho abakinyi bo muri Senegal bakomeye, nta judo baturusha kuko narahakuye umudari w’inzahabu mu miyabaga. Tugeze muri Tchad naho nyene natwaye umudari w’inzahabu mu rwaruka. Ico bompi baturushije catumye tutaba aba mbere ni ubwinshi bw’abakinyi gusa bazanye, nayo judo turayibarusha”. Mw’ishirahamwe ry’urukino rwa judo mu Burundi, bafise ihangiro ryo gushikana abakinyi mu mahiganwa yo ku rwego rw’isi, ibendera ry’Uburundi rikaduzwa mu makungu atari kubera Uburundi bwitabiriye amahiganwa, ahubwo kubera ko ari umukinyi canke Uburundi bubaye ubwa mbere.
Uburundi bwaraye butahukanye imidari 75 mw’ihiganwa rya jido
Uburundi
buhagaze neza cane ku mugabane wa Afirika mu rukino rwo kunagana
(jido), aho mu nkino z’igikombe ca Afirika ku miyabaga hamwe no
kurwaruka zabereye i Bujumbura, bwerekanye ubuhinga budasanzwe mu
kwiyegeraniriza imidari. Ku ma genekekerezo ya 2–3 Ntwarante mu nyubakwa ikinirwamwo urukino rwo kunagana (jido) i Bujumbura harabereye ihiganwa ryakaroruhore. Abarorerezi ntibatanzwe, abato n’abakuze bari bahishikiye kwihera ijisho ndetse no gushigikira urukino rwo kunagana rukinwa n’imiyabaga itarenza imyaka 17 hamwe n’urwaruka rukiri ruto rutarenza imyaka 21. Akamo k’umunezero n’amajwi ashimagiza amazina y’abakinyi b’uburundi ni vyo vyarangwa muri ico kibanza carimwo kiraberamwo amahiganwa y’ukunagana yahuza ibihugu vya Afirika aho ibihugu bitandatu vyitavye iryo higanwa: Uburundi, Urwanda, Kenya, Tchad, Senegal na RDC. Abakinyi b’abahungu n’abakobwa b’Uburundi badugije ibendera ry’igihugu cabo ururirimbo ruhayagiza igihugu rurasamirana rw’isubiriza, imidari itandukanye, iy’inzahabu, ifeza n’iy’umujumbu ni yo yarangwa mu bikiriza vyabakinyi,ibiganza bihagatiye impampuro zerekana ko barushije abandi hamwe n’amashurwe abereye ijisho. Ntawusangira
n’uwutabega Si agaseseshwa rumumuri uwo ari we wese, yaba umurundi canke umunyamahanga yari yahishikiye yobara inkuru ko urukino rwo kunagana rwifashe neza cane mu Burundi.Ubuhinga butari bumenyerewe bwaribonekeje mu bakinyi b’Uburundi maze ivyo bikaba vyatumye Uburundi butahukana ikibanza ca mbere n’imidari yose hamwe 71 harimwo 23 y’inzahabu, 25 y’ifeza na 23 y’umujumbu. Abarundi bati: «Ntawusangira n’uwutabega», igihugu ca Tchad ni co caje mu kibanza ca kabiri n’imidari 5, mu kibanza ca gatatu haza Senegal n’imidari 4 ubwa kane haza RDC n’imidari 3. «Nta rubanza rubura imperekeza» ni ko abakurambere bavuga, Igihugu c’Urwanda n’ica Kenya vyaherekeje ibindi kuko vyasubiye inyuma imbokoboko. Umunezero
mu bakinyi. Niragira
Ange Siella  afise imyaka 17,ni umuyabaga akina mu bafise ibiro
70,akaba yatahukanye umudari w’inzahabu mu bakinyi batarenza imyaka
17.Umudari mu gikiriza, akanyamuneza kamusya, yagize ati: «Yari
amahiganwa atoroshe,nahuye n’abakinyi bakomeye cane aha novuga
nk’umukinyi wo muri Senegal n’uwo muri Kenya mu vyukuri
ntivyanyoroheye kubava imbere, ariko bivuye ku buhinga
n’imyimenyerezo myinshi nakoze nabarushize». Le pays hôte du Championnat de la Coupe d'#Afrique des cadets et juniors de #judo remporte presque toutes les médailles : 23 d'or, 25 d'argent et 23 de bronze pour le #Burundi pic.twitter.com/WuPfZSdXoZ Ndahabonyimana
Kevin afise imyaka 20, akina mu bafise ibiro 60. umuraba
ntiwokwibwira ko yoshobora kunaganika abandi akabatwara umudari,
ariko ubuhinga n’ubunonotsi bwiwe ni bwo bwamwambitse umudari
w’inzahabu. Kevin nk’abandi barundi bose aremeza ko
atawurya akatamugoye kandi
ko uwushaka
umubira abira akuya.
Agira ati: «Nta
vyizana biraronderwa,  ibi vyose vyavuye mu myimenyerezo myinshi
tugira hamwe no kugendera ku mpanuro duhabwa n’abatumenyereza». Ubuja
gusha buratagata Valery
Manirakiza arongoye ishirahamwe rya jido mu Burundi, arashimishwa
nuko imikangara n’urwaruka bitwaye neza. Avuga ati:« Ikinezereje
cane si imidari turose ahubwo ni uko turiko tumenyereza urwaruka
rwacu gukina n’abakinyi mpuzamakungu bikaba bigaragara ko imbere
ari heza mu mahiganwa  mpuzamakungu akomakomeye twimirije». Ukuba
Uburundi bwarashoboye gutunganya no gufata neza amahiganwa vyatumye
bubonwa neza n’abaserukiye umugwi wa jido muri Afirika gutyo
bugirirwa icizere co kubandanya butegura amahiganwa azoza araba uko
umwaka utashe.
Kimwe mu vyokorwa  mu gutuza inzige ni ukuzifungura
Mu ntumbero yo kwitegurira kuvugutira umuti inzige hamwe zotera mu Burundi, reta y’Uburundi ibicishije mu bushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije ihamagarira abanyagihugu kuzozitoragura bakazifungura. N’Ubushikiranganji buri ku kivi…  Igitero ca mbere c’inzige cateye mu Burundi conona ibintu
bitari bike, cibonekeje ku ngoma y’umwami Mwezi Gisabo. Icasubiriye, cabonetse
mu 1986 ( ico gihe abanyagihugu baraziriye barazikomesha). «N’ubu tuzozitamira hamwe zohangara
Uburundi». Kuki inkuru y’inzige igarutse muri
iki kinjana ? Mu mpera
z’umwaka wa 2019, ibihugu nka Kenya, Etiyopiya, Sudani y’epfo, Erythrée na Somaliya
vyaratewe n’inzige zitwa «Schistocerca gregaria» zizwi ko zikwiragira ahantu hanini kandi mu
mwanya muto . Hirya y’ejo kw’igenekerezo ryo ku wa 26 nzero 2020, uburere
bushika 10 bwo muri Kenya bwari bwamaze guterwa ndetse zirakwiragira no mu
tundi duce two muri ico gihugu. Reta y’Uburundi rero ikaba igomvye kuzitirira
itaronerwa, ubona ko zitandukiriye ibihugu vy’akarere ka Afirika y’Ubuseruko . Kuzifungura birakwiye kugira ngo
zituzwe ? Nk’uko
ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije bubimenyesha, hari
ibikorwa biriko birategurwa: Gushiraho umugwi uhurikiyemwo ibisata bitandukanye
uzoshobora guhagarikira ibikorwa vyo gukinga, uw’abahinga bajejwe gucungera no
gutangiriza hakiri kare, ingendo yo guhanahana ivyiyumviro mu bihugu bimaze
guterwa n’ivyo biza vy’inzige, gutumatumana ko amakuru mu karere…. Ubwo bushikiranganji bubandanya bumenyesha ko bwamaze kwiga ubuhinga bumwe bumwe bwofasha mu kugwanya izo nzige na bwo bukaba ari nko kuzitora n’iminwe ndetse no gukoresha imiti ihinguwe. Ariko rero, ic’iyo miti ngo ikoreshwa barinze gupompa, ngo si ico guhera ko kuko hanini hakoreshwa indege ivyo na vyo bigatuma hashobora kwononekara ubuzima bw’abantu n’ibidukikije na canecane amazi n’ikirere. Hejuru y’ivyo, izo nzige zishwe n’imiti  ziba zirimwo ubumara zirahindukira zikaba indya z’inyoni ndetse n’abantu. Kubw’ivyo
vyose rero, amashirahamwe nka Fida, ibanki y’isi yose, ishirahamwe  FAO akaba ahamagarirwa n’ubwo bushikiranganji
kwifatanya na bwo mu gushiraho integuro yo gukinga ico kiza mu ntumbero yo
gukingira Uburundi, abarundi n’ivyabo. Cyriaque Nimpagaritse, umwe mu banyagihugu twayaze akagira ati :« Nimba ziribwa bwa Swa canke bwa mivuri ( imisenene), zizokwona ibiterwa ni vyo ariko na twe amenyo yo kuzisya tubaye turayakarisha».  Weho ubivugako iki ?
Muri Regideso bati: «Amazi agiye gutangwa nkuko vyahora mu gisagara ca Bujumbura»!
Mu gihe hari hibonekeje ingorane yari yabaye iturutse ku bikono vyakira amazi avuye muri Tanganyika yatuma amazi atarengana neza, Muri Regideso barahumuriza abanyabujumbura ko, ubu amazi arengana nkuko yahora. Abahora bayaronka bazoyaronka nkuko vyari bisanzwe. Abatari bake mwaravyisomeye bica ku mbuga
ngurukanabumenyi ko mu makaritiye y’igisagara ca Bujumbura hagiye kugaruka
ikurakuranwa ry’itangwa ry’amazi. Nta nkeka ko bamwebamwe nk’abo mu makaritiye
ari ku mpera z’igisagara bari batanguye kugira ubwoba biyumvira ukuntu bagiye
kuza barabura amazi, na cane cane ko amazi ari ubuzima.  Muri Regideso rero bagarutse bagira bati: «Ni muhumure uko mwahora muronka amazi nta
kizohinduka kuko akabazo kari kadutse k’ibikono vyakira amazi avuye muri
Tanganyika vyari bimeze nk’ivyazivye biturutse ku mvura nyinshi twaciye
tugatorera umuti mu ndwi imwe gusa». Bongera ko kandi bati: « N’ahari ingorane na canecane mu
makaritiye aherereye ku mpera z’igisagara turiko turakora ibishoboka vyose
kugira ico kibazo na ho nyene kive mu nzira». Kugira atange umuco neza, Fabrice Nkurunziza umuyobozi ajejwe ivy’amazi muri Regideso avuga ko iyo nkuru yaciye ku mbuga ngurukanabumenyi yanditse ukutariko. Agira ati: «Nari navuze ko muri urya mwanya imvura yariko iragwa ari nyishi hashobora kuba ikurakuranwa mu gutanga amazi. Ariko kubera ko yaciye igabanuka ata vyinshi birononekara, amazi aguma atangwa ukuri kwamye». Imvo y’utugorane twari twibonekeje
yatuma amazi atarengana Uyo muyobozi ajejwe ivy’amazi muri Regideso
avuga ko imvo ahanini y’iziba ry’ibikono vyakira amazi, yari yaturutse ku mvura
nyishi cane yariko iragwa muri Congo, mu Rwanda no mu Burundi. Ivyo bikaba
vyatumye habaho igice c’ivyondo vy’ibumba bicanze n’urubobi (Algues) bizanana
mu ruzi Rusizi. Avuga ati:«Kubera uruzi Rusizi ruzanana inguvu nyishi,
rurinjira no muri Tanganyika rugashika aho twebwe dufatira amazi muri
Tanganyika ku birometero bitatu n’igice. Iyo ruhageze rero ruca ruhomekako rya
bumba rwakukumuye ricanze n’urubobi bigaca bisasa ku mucanga bikamera nk’isashe
gutyo bikazibira inzira zituma amazi arengana». Yongera kandi akamenyesha ko
ivyo vyabaye mu kiringo c’iminsi nk’itatu gusa naho ibikorwa vyo kuhasibura
vyabatwaye indwi yose. Nayo ngo abavuga ko hari amakaritiye atigera
abura amazi naho hokwaduka utugorane, Fabrice Nkurunziza avuga ko bivana n’ahantu
ikaritiye iherereye. Agira ati: «Amakaritiye
yo hagati mu gisagara baronka amazi 24/24h kubera ariho imihora itwara amazi iri.
Amakaritiye ari ku mpera z’igisagara n’iyo agira ingorane, ariko naho nyene
turagerageza kurondera ingene tuyafatira hirya no hino kugira na yo nyene aronke». Mwomenya rero ko amazi agaburira igisagara ca Bujumbura ahanini ava mu kiyaga Tanganyika, ariko hariho n’umuhora w’amazi ava mu Buhonga, uwuva muri Kanyosha ahitwa Misumba n’uwuva mw’Isare. Hari n’uwundi uriko urigwa neza uzohava uyakura mu Rugazi mu ntara ya Bubanza, nkuko bivugwa n’uyo ajejwe ivy’amazi muri Regideso.
Mu Burundi, hagiye kwigwa ikibazo co gushinga uburimbi bushasha bugabanya intara, amakomine n’ibisagara
Mu gihe hibonekeza ukutabona kumwe uburimbi butandukanya amakomine n’ayandi canke igisagara ca Bujumbura (Mairie) n’ayandi makomine bihereranye yo mu ntara ya Bujumbura (Rural), ngo ubushikiranganji bubijejwe bugiye gufata mu minwe ico kibazo ku buryo hazoshirwaho imbibe zerekana neza aho bamwe n’abandi bagarukiriza.  Vyashikiririjwe mu ngoro y’inama nshingamateka mu Kigobe, igihe
umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, Pascal Barandagiye, hamwe
n’uwujejwe iterambere ry’amakomine, Jean Bosco Hitimana, aho bari baramutse
bishura ku bibazo vy’abashingamateka. Nkuko vyagiye
biragarukwako n’abashingamateka batandukanye, ngo hariho ikibazo mu bijanye n’uturimbi
tugabanya uturere tubamwo abantu, haba hagati mu gihugu canke mu gisagara ca
Bujumbura. Ivyo rero ngo bikaba bishobora gutuma abantu batamenya neza aho
batwarwa mbere n’ibikorwa vy’iterambere rusangi ngo bakabikora aho bategukira. Mu
gisagara ca Bujumbura … Uko igisagara ca Bujumbura kiguma caguka, ni ko kumenya mu vy’ukuri aho Mairie ya Bujumbura igarukira bigora. Ivyo rero bikavugwa n’abashingamateka bafatiye ku kuntu ahahoze hari mu ntara ya Bujumbura (bamwe bita Bujumbura rural) hegeranye na Mairie harinze hubakwa inyubakwa nziza canke hagashirwa i karitiye yubatse bishemeye ica yitirirwa Mairie. Akarorero ngo ni ku kibuga c’indege citiriwe Melchior Ndandaye kiri mu Maramvya. Ngo iyo Maramvya rero ntiyahoze iri muri Mairie, ariko ngo iyo havuzwe ico kibuga baca bavuga ko kiri muri Mairie. Ico ngo ni na co kibazo kiri mu ma karitiye ya za Sororezo n’ahandi hari ku mpera z’igisagara, kubera hubatswe neza, ngo baguma bahitiranya mbere n’abarongozi bo muri Mairie ugasanga barinjiranamwo n’abo muri Rural. Ubu naho hari ugushaka kumenya nimba ingoro y’umukuru w’igihugu yitiriwe umwami wa mbere Ntare Rushatsi yubatswe mu Gasenyi izohava yegukira igisagara ca Bujumbura canke intara ya Bujumbura nkuko isanzwe ari na ko karere irimwo. Mu
makomine yo mu gihugu hagati Ico kibazo
c’imbibe ngo ntikiri mu gisagara ca Bujumbura gusa. No mu makomine yo hagati mu
gihugu, ngo hariho nk’ingo ziba zibereye kure cane y’umugwa mukuru wa komine,
ugasanga zubatse munsi y’imisozi ariko zegeranye n’izindi komine. Iyo hagezweho igihe co gukora ibikorwa vy’iterambere mu makomine, izo ngo zisunga  ivy’ikomine zihereranye kubera ukutamenya neza aho zibwirizwa kuba. Akarorero katanzwe kakaba ari ako mu Cankuzo, aho abantu baba ku mitumba ya Nyabisindu, Nyanembo na Twinkwavu ivyo bakora usanga bisunga ikomine ya Cendajuru, ivyo vyose bikava ku kutamenya neza uturimbi. Eka ngo ni henshi mu gihugu hibonekeza bene utwo turorero kuko na komine Ndava na Giheta nta kintu na kimwe gihari kihatandukanya, usanga ari igikumba c’inkaratusi gusa kihatandukanya. Pascal Barandagiye
amaze kwumva ivyashikirijwe n’abashingamateka batandukanye ku bijanye n’imbibe,
yaciye abamenyesha ko ico kibazo nabo cari kibaraje ishinga cane, kuko ngo mu
bushikirangaji arongoye bari bagifise ku mutima. Akavuga ko hari integuro
zitegekanya ivy’imbibe ziriko zirigwa, ko nizahera gutunganywa zizoshikirizwa
kugira zizoshirwe mu ngiro bamwe bose babone aho bagarukiriza gutwara,
abanyagihugu na bo bamenye neza aho begukira. Mwomenya ko mu
Burundi hari intara 18, zigizwe n’amakomine 119, imitumba 2 639 n’amakaritiye
363, vyose hamwe uturere tw’uburongozi 3 002.
Hasigaye amezi 4 utumwanya twose dusubirizwe n’ibitekezo bidatitura isi: ntibizokworoha
Amezi 4 niyo asigaye ku kiringo catanzwe na Reta y’Uburundi ngo ntihagire akamwanya kazoba kacibonekeza mu gihugu. Ni mu gihe amashirahamwe akora ibitekezo bidatitura isi akiri make ku buryo ivyo bahingura bitokwira ibice 90% vy’abanyagihugu bahora bakoresha utumwanya nk’uko Hugues Nimpagaritse, umukuru wa rimwe mu mashirahamwe abikora abimenyesha yisunze ivyigwa vyakozwe mu gisagara ca Bujumbura. Naho biri ukwo, avuga ko hamwe ababihingura boshigikirwa vuba, ivyo bitekezo bitobura kuboneka, abadandaza n’abasumyi bakoroherwa. Impungenge ni nyinshi ku
badandaza ndetse n’abasumyi kubw’ingingo iri mw’itegeko ry’Umukuru w’igihugu
yimirije kuzoshirwa mu ngiro mu mezi 4 ari imbere, ivuga ko ata kamwanya na
kamwe kazoba kacibonekeza mu gihugu. Bakibaza nimba hazoba hamaze kuboneka
ibitekezo bisubirira utwo tumwanya ku rugero twahorako n’ibiciro bitavunanye. Uciye kw’isoko yo kuri Cotebu, ndetse no kwa Siyoni, usanga  utumwanya turi ku biciro twahozeko. Hari utw’amafaranga 50, 100,  200 na 500. Hari n’ibitekezo bifise imigozi wogira ko bikozwe mu mpuzu, kimwe kikagwa hagati y’1000 na 5000. Prosper Ndikumana, umudandaza akorera kw’isoko ya Cotebu. Agira ati: « Twarasiguriwe ingaruka y’utumwanya kw’isi ndimwa ndetse no ku magara yacu, turabitahura. Ariko rero mfise amakenga ko ikiringo catanzwe n’umukuru w’igihugu kizohava gishika ata bitekezo bikwiye dufise  kuko  ata mashirahamwe abikora agwiriye mu gihugu ariho, n’ayahari arabizimbako ». Pascal Karikurubu
adandariza kwa Siyoni, we yibaza nimba amashirahamwe ahari akora ibitekezo
afise vyangombwa bikwiye ku buryo azoshobora gukora ibingana n‘ibikenewe mu
gihugu kuva ku bitekera irobo gushika ku biro 5 nk’uko vyahora biri ku
tumwanya. Agira ati: « Ko hafashwe
ingingo ibuza kwinjiza utumwanya mu gihugu birakwiye ko herekanwa igikorwa
kiboneka kiriko kirashirwa mu ngiro ntituzohave dusanga tuburiye icarimwe utwo
tumwanya n’ivyo bindi bitekezo kuko ibihari ubibajije ngo ubirangure
barabizimbako, ntitworonka abakiriya babigura ». Nayo Adelphine Iratabara, umusumyi twahuye kuri Cotebu, agira ati:« Asangwa agatekezo k’ibiro 5 kazohora kagurwa kuva ku mafaranga 1000 kuduga uko ndiko ndabibona, aho buca utumwanya tuviraho ntibizoroha. Vyari bikwiye ko hagira igikorwa kugira ngo ibitekezo bigwizwe gutyo binagurwe ayaciriritse ahandi ho bamwe ntituzobihamvya ». Amashirahamwe
ahari afise ubushobozi bungana gute? Hugues Nimpagaritse aserukira ishirahamwe riharanira gukingira ibidukikije APBEE (Association pour le Bien-Etre de l’Environnement) avuga ko batanguye ibikorwa vyo guhingura ibitekezo bibora inyuma yo kubona ko isi ndimwa ishobora gutiturwa n’utumwanya, ndetse n’amagara y’abantu akahasinzikarira. Nk’uko abandanya abimenyesha, iryo shirahamwe rikora ibitekezo kandi ryama ryabikwiragije mu tuguriro igihe cose bikenewe. Nayo ku vyerekeye ibiciro avuga ko naho hari abavuga ko bizimvye atariko biri kuko ikigurwa amafaranga 3 000 gikoreshwa amezi arenga 6 kandi kikaba gitekera nk’ibiro 7 kuduga mu gihe igitekera irobo canke ikiro kigurwa hagati y’amafaranga 50 na 100. Naho biri uko Hugues aremera ko badafashwe mu mugongo bitokunda ko bakora ibitekezo vyokwiragira mu Burundi bwose muri iki kiringo c’amezi 4 gisigaye. Jérémie Nkinahatemba, umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bw’ibidukikije, agahumuriza abadandaza n’abasumyi ko batazobura ibitekezo uko vyogenda kwose kuko ngo hariko harigwa ukuntu amashirahamwe abikora yoshigikirwa, agakura mbere agakora vyinshi. Akagira ati: « Nimba harafashwe ingingo ibuza kwinjiza utumwanya mu gihugu, n’ibikorwa biyiherekeza vyo kudusubiriza ntivyibagiwe ». Umuyobozi w’ibiro bijejwe gutororokanya ibiharuro muri ubwo bushikiranganji akaba atashoboye kuboneka ngo hamenyekane ibitigiri vy’amashirahamwe yiteguriye gukora ibitekezo ariko umwe mu banyamabanga bakorera muri ivyo biro akamenyesha ko ivyigwa bigikorwa.
Mu Kibenga, vuba amazu arasoma nturi mu kiyaga Tanganyika
Imishinge y’impangu za bamwe mu baba muri karitiye kibenga rural zibaditse ku nkombe y’ikiyaga Tanganyika kandi n’ izindi zibandanya zihaduzwa. Naho biri ukwo, mu buyobozi bujejwe ivyo gutunganya igisagara ndetse n’abajejwe ibidukikije basaba ko iyo ngendo yohagarara, atari uko ngo abariko barubaka mu bibanza biri munsi y’imetero 150, n’agasho bazokarya. Ni muri komine Muha, zone Kinindo neza na neza muri karitiye
kibenga ‘rural’, utera uja mu kabondo, ku nkengera y’ikiyaga Tanganyika.
Imishinge y’amazu iteye mu kiyaga, bamwe mbere amazi akaba yaramaze no
kubinjirana mu mpangu nayo urufunzo ku mbuga ni nka twa twatsi twa gazo.
Harajega. Ariko bamwe bibereye mu nzu yo hejuru, nta mpungenge,
barahamenyereye. Anne Marie Butoyi, umupfakazi asanzwe afise urupangu aho
hantu agira ati: « Jewe aha hantu
ndahamaze igihe kingana n’imyaka indwi, kandi amazi araza akisuka ku rupangu
hanyuma agasubira inyuma, ntangorane mbona binteye ».  Naho biri uko ngo ubwa mbere amazi y’ikiyaga
Tanganyika ntiyashikira inzu yiwe ariko ngo uko iminsi yahera, ni ko yegereza
aho inzu yiwe yubatse. Richard
Makenze we ngo n’aho ahaba hamutera amakenga, ariko ngo ntakwo ari bubigenze.
Agira ati:«Amazi aduga tuyaraba ariko twahubatse ataradushikira. Bamwe
twipfuza kwimuka tukahava ariko ntivyoroshe kwirundurira parasera i Bujumbura
kuko n’udufaranga twari dufise twaduhereje aha nyene, biragoye ».  Agasaba ko ababijejwe boraba ico bokora ari
nk’ukwubaka impome amazi aza arisukako ntabashikire ahandi ho ngo barageramiwe. Ingaruka
ku binyabuzima biba mu mazi… Nk’uko
Nifasha Abain asanzwe aba aho mu Kibenga abimenyesha, ngo abanyagihugu benshi
baba ku nkengera y’ikiyaga Tanganyika ngo ntibagorwa n’aho basuka imicafu. Ngo
bikinga akajoro kuko ico kiyaga giheza kikayibakuriraho vyoroshe kandi
kikanayegeza kure. Imvubu zo ku murango ngo zirigwa zitemberera hagati y’amazu
n’utwana twazo, bwagoroba zigaheza zigashoka mu mazi nk’uko Butoyi
yabimenyesheje. Epymerie Nibizi
akora mu buyobozi bw’ibidukikije n’ihindagurika ry’ibihe, agira ati: « Burya
ifi zita amagi ku nkengera y’amazi. Iyo bishitse rero abantu bakegereza amazu
ku kiyaga, hejuru y’uko na bo nyene baba bariko bariyimbira, baba bariko
baragirira nabi ivyo binyabuzima kuko bidaheza ngo bironke aho birondokera
bigateba bigahona. Ushize umucafu ku nkengera y’ikiyaga, rero za fi
zirayifungura mu nyuma zikiherezwa n’abanyagihugu, bakaba bihereje ya micafu ».
Amenyesha kandi ko n’imvubu zidaheza ngo zironke aho zirisha gutyo
zikarushirizaho kumererwa nabi. Eka hari n’aho mbere ngo usanga ayo mazi nyene
bahindukira bakayanywa gutyo bakama bagwaragurika. Amategeko
avuga iki? Melance
Nimfasha ni umuyobozi akorera mu bushikiranganji bujejwe ivyo gutunganya
igisagara. Uwo amenyesha ko ata muntu n’umwe yemerewe kwubaka mu kibanza kiri
musi y’imetero 150 uva ku kiyaga Tanganyika nk’uko amategeko abivuga. Ariko
kubera usanga abantu bitwaza ko aho bubaka ari ku matongo barazwe na ba se na
ba sekuru, ngo n’aho ubabuza baremera bakarara barubaka mw’ijoro. Melance
akamenyesha ko atari azi ko aho mu Kibenga rural utera uja mu kabondo
babandanije bubaka begereza ikiyaga Tanganyika, ariko ngo bagiye kuzohishikira
barabe hanyuma ico kibazo cigweko n’ubushikiranganji. Nayo umuyobozi Epymerie, amenyesha ko hagiye gufatwa ingingo ruhasha ku banyagihugu bigize ba sindabibazwa. Ngo bazocibwa amande atubutse bateko bapfungwe nk’uko biri mu mategeko mashasha yimirije kwemezwa. Ni inyuma y’inama nyinshi abo banyagihugu baze kugirishwa babuzwa kwegereza amazu ku kiyaga bakica amatwi. Ivyo na vyo biri ukwo kubera abahora bafatwa bacibwa amande y’ibihumbi ijana, umugwizatunga yariboshe akabona ko utwo dufaranga ataco tumubwiye akayariha bukeye agaca abandanya yidugiriza inzu yiwe.
Abadandaza ntibanezerejwe n’ingingo ibuza iyinjizwa ry’ubumwanya, naho ikingira amagara yabo
Bamwe mu bagwizatunga basanzwe barangurira hanze ubumwanya ntibishimiye ingingo yaraye ifashwe n’ubushikiranganji bw’ibidukijije, uburimyi n’ubworozi ihagarika burundu iyinjizwa ry’ubumwanya kuva kuwa 22 myandagaro. Naho biri uko, ngo iyo ngingo igana gukingira amagara y’abantu n’ibidukikije kuko ingaruka z’ivyo bikoresho ari nyinshi nk’uko umushikiranganji Déo Guide Rurema, abimenyesha. Claude Iranzi, ni umudandaza
w’ubumwanya. Uwu rero yidoga avuga ko hari ubumwanya yari yaratumyeko kandi
bwomushikiriye itariki 25 Myandagaro, akabonako agiye guhomba. Agira ati : « Amezi atandatu yari asigaye yari
menshi, iyo batureka tukabanza kwinjiza ivyo twatumyeko vyobaye vyiza kuko ubu
natwe tuzoca duhomba. Iminsi yose ntitubitumako ngo birare bidushikiriye kuko
iyo tubirangura hari aho baduha isango bizodushikirirako». Eka na Didié Karikunzira ngo
yari yagumije ku muzirikanyi ikiringo c’amezi 18 yari yatanzwe, nayo akaba
ataribwakwire. Ngo ntabona uko agiye kubigenza mu gihe hari imizigo 300 yose
y’ubumwanya yaheruka gutumako, ariko itaribwamushikire, kandi yose ngo muri ico
kiringo c’amezi 6 yarasigaye ngo yobaye yaheze, ibaye itarahera naho, ngo ikosa
ntiryobaye iry’abafata ingingo kuko isango ryobaye ryageze. Kubera iki iyo ngingo yafashwe imbere y’ikiringo cari caratanzwe? Hisunzwe icegeranyo cakozwe ku vyerekeye ishirwa mu ngiro ry’itegeko
ry’umukuru w’igihugu No. 100/O99 ribuza kwinjiza, gukora, n’ukudandaza
ubumwanya n’ibindi bitekezo bikozwe muri bwo. Iryo tegeko rero rikaba ryashizweko
umukono n’umukuru w’igihugu, kw’igenekerezo rya 8 Myandagaro 2018. Aho hari
hatanzwe amezi 18 ngo abamaze kuburangura babusohore maze bube butacinjizwa mu
gihugu. Ubu rero umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi Déo Guide
Rurema amenyesha ko iyo ngingo yafashwe kuko vyagaragaye ko ubumwanya bucinjira
mu gihugu kandi bugakoreshwa ukuri kwamye nka mbere. Akabona ko hamwe hatofatwa
iyindi ngingo, ikiringo c’amezi 6 gisigaye coba gito cane gutyo ugasanga ya
mezi 18 yose arangiye ubumwanya bucibonekeza ku bwinshi mu gihugu. Ni muri iyo ntumbero, Déo Guide Rurema yamenyesheje kuri uwu wa 13
myandagaro ko ata mugwizatunga n’umwe yemerewe kwinjiza ubumwanya n’ivyo
babuhinguramwo kuva igenekerezo rya 22 myandagaro 2019. Akavuga kandi ko
n’impusha zose zatanzwe ku bitarinjira zizobazihagaritswe. Ni izihe ngaruka ubwo bumwanya
butera? Darlene Ndoricimpa, umuyobozi w’ihinguriro ry’ubumwanya buba
bwakoreshejwe akabukuramwo ibindi bikoresho vy’ikimazi, Retraining Company (R
D), amenyesha ko ubumwanya butitura isi ndimwa ndetse iyo babuturiye umwotsi
uva muri bwo wonona ikirere gutyo ibinyabuzima bikahagirira ibibazo. Si ivyo gusa, Muganga Bivahagumye, umuhinga mu vy’ingwara z’amahaha,
aremeza ko iyo nk’ubumwanya buturiwe, n’abantu bashobora kuhandurira
ingwara  na canecane ko baba bahema
imicafu y’ivyuka bibi biba biriko birazunguruka mu kirere Umushikiranganji Déo Guide Rurema agahumuriza abanyagihugu abamenyesha
ko naho ubwo bumwanya bukuweho, hariho amashirahamwe akora ivyasubiriye
ubumwanya bizohora bikoreshwa mu gusuma, nk’amagapo, ibikoresho bikozwe mu
mpapuro n’ibindi.
Ryarinze rica umuriro waka mw’ishamba cimeza rya Ruvubu: amahegitari 50 arenga pi!
Kuva ku mugoroba wo kuri uyu wa kane kw’igenekerezo ryo ku wa 18 mukakaro, gushika mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, hadutse umuriro mw’ishamba rya Ruvubu aho amahegitari 50 arenga yatokombeye. Abanyagihugu ngo barakoze uko bashoboye bubakerako ariko ngo bashirwa bawujimije. Ni mu gihe mw’ishamba rikingiwe rya Ryanda riri mu makomine ya Vyanda na Rumonge hari haraye hahiye amahegitari 10 arenga. Bakundintwari Marc, ni umukuru w’abacungera iyo Parake ya Ruvubu. Amenyesha ko hari mu masaha icumi y’umugoroba aho uwo muriro waduka, bagerageza kuzimya kuva iyo saha ariko uranka urazako gushika isaha icumi n’imwe z’agatondo ko kuri uwu wa gatanu kw’igenekerezo rya 19 mukakaro. Aho uwo muriro wadutse ngo ni mu ntara ya Muyinga, muri komine Buhinyuza mu gace ka Gicayi na Rubuye mw’ishamba rya cimeza rya Ruvubu. Ngo amatohoza aracakorwa kugira ngo abahaturiye bashobore kumenyekana, n’ubwo nyene abikekwa batabuze. Abo bikekwa ni ba nde? Nk’uko uwo mukuru w’ishamba cimeza rya Ruvubu abivuga, ngo iryo shamba ukunda gusanga riturirwa n’abahigi, abarovyi, eka n’abafise imirima yegereye iryo shamba ngo ntawobashira amazinda kuko ngo vyama bishika bakikika mu kiza bakahadomeka bashaka nk’ugutarira kugira ngo umuriro bishitse ukaduka ntuze uhave ujaniranya n’imirima yabo. Ngo n’aborozi canecane abo ku ruhande rwa Cankuzo baba bashaka aho bazokura ubwatsi butoshe imvura itasuye. Ko biri uko hoba hariko hakorwa iki ? Uwo Bakundintwari amenyesha ko baticaye. Ngo baheruka vuba kugirisha inama abanyagihugi bose basanzwe bakorera ibikorwa vyabo hafi y’iryo shamba baba abafitiye indimiro hafi y’iryo shamba, aborozi, abarovyi eka n’abahigi. Iyo nama ikaba yari iyo kubibutsa akamaro k’ibidukikije, ngo banababwira babihanikiriza ko uwuzofatwa azohanwa hakurikijwe amategeko. Ikigo OBPE ngo kikaba arico cari catunganije iyo nama mu ntumbero yo gukinga hakiri kare,kuko iyo hageze mu ci imiriro yama yadutse nk’igihe cose. N’aho biri uko, ikibazo c’uko umuriro wama wadutse muri iryo shamba cimeza ryo ku Ruvubu ngo kigiye kuva munzira kuko ngo hari umugambi wo gushiraho uruzitiro, aho atawuzosubira kurivogera canke kuryegereza isuka. Nk’uko itegeko ryo gukinga impanuka ku mashamba bene ayo ribivuga, ngo hagiye kuzoshirwa urubibe ntarengwa ku metero igihumbi uvuye kuri iryo shamba, uwo mugambi na wo ukaba uzoba ushigikiwe n’ibanki nkuru y’isi yose. Mu kurindira ko urwo ruzitiro rushirwaho, umukuru w’ishamba ryo ku Ruvubu afadikanije n’abajejwe intwaro, ngo bagiye kubandanya baha inyigisho abanyagihugu begereye iryo shamba kugira ngo abarundi ntibazohave bisamburirako mu guhonya ubutunzi bw’igihugu ari bwo bikoko biri muri iryo shamba, abarundi bakazohahombera, ubona ko ngo ari ryo shamba risigayemwo ibikoko binini binini mu Burundi.
Ikimanga ku Mugoboka kirahagaritse imitima ya benshi
Abanyagihugu bo ku Mugoboka ya mbere barahagaritswe umutima n’ikimanga kidasanzwe giheruka kwaduka aho hantu. Carimburuye ibarabara, amazu y’ abantu asa n’ayahagaze kuri co gushika ubu abo gihanamiye bakaba batekewe n’ubwoba budasanzwe bibaza uko bagiye kubikika. Hari kw’igenekerezo ryo kuwa 27 rusama aho ikinyamakuru Jimbere catohoza ayo makuru. Mugoboka ni umutumba uri mu buraruko bushira ubuseruko bw’igisagara ca Bujumbura muri karatiye Mutanga – Sud, zone Rohero aho hakaba ari muri komine Mukaza. Urenganye gato ahari akaguriro muri Mugoboka ya mbere i ruhande y’uruzi Ntahangwa, uhasanga ikimanga cimburuye ibarabara n’amazu. Ico kimanga ntigisanzwe na gato.Ugereranije coba gifise nk’imetero indwi z’ubujakuzimu kikaba cagutse cane. Caraseregese amazu y’abantu, kugera ubu akaba asa n’ayahagaze mu kirere nayo abahaca barengana, barasoboka bamwe bakagomba kwigabanya ibiro bitari bukunde ivyo vyose bakabigira kubw’ubwoba bw’uko bashobora gutibukirayo mu gihe bariko barajabuka. Harahomvaguritse ntiworaba. Mu kujabuka Batonda ku murongo nk’abajabukira ku mugogo.Uw’impungenge we abonye ageze hakurya ariruhutsa. Ab’aho bo babivugako iki­ ? Aline Miburo ni umukenyezi aba mu rupangu rwenena kuri iyo manga agira ati : « Imitima ntikiri mu nda kubw’ico kimanga kuko umwanya n’umwanya gishobora gutembana inzu na twebwe abazibamwo tukagiramwo …none ko atahandi dufise turibwimukire turi bugire dute? Nyabuna reta n’abagiraneza barakwiye kugira ico bakoze ahandi ho muzumva cihaye inkumbi,… ». Insigabwenge y’umugaga uteje isibe ku #Winterekwa. Inararibonye iti: "Umusozi Nyamanogo wari ufatanye imbere y’uko hanyika 1981. Ivyari biharangwa vyose vyarazimanganye, harimwo n’ibomba rya rusengo Abadagi bari barahubatse" https://t.co/MRA0vLt76L#Ibidukikije #Burundi pic.twitter.com/PyvwqpKMMe — Jimbere (@JimbereMag) April 1, 2019  Révérien Niyibasumba ni umukuru w’iyo karatiye. Atumenyesha ko haheze imyaka ibiri ico kimanga gitanguye kwimburura aho hantu.Agira ati « Kikiri kure twibaza ko kitazoshikira amazu. Ariko kandi, uko catera cegereza niko nabimenyesha abankuriye nabo bakaza bakaraba hanyuma bagasubira inyuma. Mu mezi abiri aheze rero niho cateba gishikira amazu n’ibarabara riracika gose». Nk’umukuru muri ako karere, avuga ko yabaye arafata ingingo yo gushira amabariyeri ku ntango no ku mpera y’ico kimanga kugira abantu co kimwe n’imiduga ntibibandanye bihaca nubwo batumva akamo baterwa. Tubajije umuyobozi mukuru wo mu bushikiranganji bujejwe gukinga impanuka, aremera ko ico kibazo bakizi gusa akamenyesha ko atari ikibazo coroshe gutorera inyishu buno nyene kuko bisaba uburyo bwinshi n’ivyigwa bikomeye bizokorwa n’abahinga babinonosoye.  Hoba hari ingaruka zimaze kwibonekeza kuva caturuye aho hantu? Nimbona Pierre, icegera c’umukuru w’iyo karatiye eka n’abandi baba muri iyo micungararo, bemeza ko abantu babiri aribo bamaze gukorokera muri ico kimanga barakomereka bikomeye, umwe akaba ari umusore yariyasamariye kuri « watsapu», uwundi akaba yari umukenyezi yari yaborewe. Abandanya avuga ko Utuzu tw’idandarizo turi hafi y’ico kimanga twugawe, imiduga itakirengana, eka ibikorwa vyose vyarangurirwa hakurya no hakuno y’ico gihomoka ngo bisa n’ivyahagaze.  Ngo hari n’abasigaye bahabunda kugira bagirire nabi abahita  nkuko vyemezwa na Aline: « Ejo bundi narinsohotse kumugoroba nsanga ibisare vy’ibihungu vyavutiriwe bihibunze bivuganira mu bwongoshwa ngo bintangatange binsunure ngwemwo maze bamwe bo muri bo bace bashungurukiramwo bamfate ku nguvu mba na vyumvise nihinda inyuma gato ndabivuza iminana y’amabuye niko kumva inyuma ahandi ho kari kabaye,… » Kubw’abegereye aho hantu ico kimanga kiri, ngo ico kibazo kirakwiye gufatwa mu minwe n’ababijejwe bakagira ico bakoze mu maguru masha ahandi ho ngo bazohava bibuka kuyora basheshe.
Insigabwenge y’umugaga munini uteje isibe ku Winterekwa
Inzu zababa 11 ziramaze kubomoka biturutse ku mugaga munini uva mu kuzimu, ingo 36 zisabwa kuva i Nyamanogo iri muri karatiye Winterekwa zikimukira ahandi. Bishikirizwa n’inararibonye yo kuri uyo mutumba akaba ari «nyumbakumi» Nahayo Sylvestre. Amarira, agahinda, ubwoba, ukujumararigwa, ni vyo birangwa mu bantu baba mu Nyamanogo iri muri karatiye Winterekwa zoni Gihosha mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura. Uhageze, usanga abakuze n’abana bahagaze bamwe bikoreye amaboko,abandi bifumbereje baraba ingene amazu yiyasa imigaga ayandi abomokera hasi. Amazu yubatswe kijambere atarinjirwa, ayamaze kwinjirwa, utuzu tudandarizwamwo, urusengero, inzitiro z’amazu,…, eka ntiworaba birateye agahinda n’umubabaro uravye ukuntu vyabomotse. Imigaga miremire, amazi atemba hirya no hino arondeza ivyo ahitana bituma abantu barushiriza kwihebura! Vyatanguye gute? Nahayo Sylvestre arongoye Nyamanogo, avuga ko atari ubwambere aho hantu hanyika. Agira ati: «Uwo musozi wari ufatanye imbere y’uko hanyika 1981. Ivyari biharangwa vyose vyarazimanganye harimwo n’ibomba rya rusengo Abadagi bari barahubatse. Mu nyuma ni ho abantu batanguye kuhubaka». Sylvestre Nahayo yemeza ko muri uyu mwaka wa 2019 ariho inzu zatanguye kuja zirica imigaga banyenezo bakaja barayiteranya bibaza ngo zubatswe nabi, naho shwi! Ahubwo hashaka kunyika nkuko vyabaye mu 1981, bikaba bishize ingo nyishi mu kangaratete. Inzu 11 ziramaze kubomoka, 36 zirageramiwe kandi banyenezo bategerezwa kuhimuka vuba na bwango. Agahinda mu ngo Nyandwi Roza ni umupfakazi, agahinda n’intuntu biri mu kumwegura, ntagira ayo acira n’ayo amira kuva aho inzu yiwe ibomokeye bivuye ku mugaga uva mu butaka wahitanye inzu yiwe. Avuga ko kuva ahimukiye uyu mwaka ugira uwicenda, atangorane yari bwahabone, ariko ko akabi n’akabibi kaje ubu gashira ku k’amenyo ingo zitari nke. Mw’ijwi ryuzuye agahinda yagize ati:«Ndagowe, singira ahondaza abana banje, ubu twirundaniriza hamwe mu gakiyosike (akazu karimwo utudandazwa duke) kari epfo kw’ibarabara, singira ic’epfo na ruguru ngo ngure akabanza ko kwubakamwo, singira n’uwumfasha na kimwe». Nduwimana Donatien ni umunyeshure yiga kuri kaminuza mu gisata c’ubutunzi, mu mwaka wa kabiri. Ukutabona aho aziga aba biramuhagaritse umutima. Agira ati : «Jewe aha nari ndahabaye kubera ari umwungere w’urusengero yahanzanye anyihera aho kuba, none simbona aho ngiye kuba mu gihe akazu uyo mwungere yampaye kagire gasenyuke. Kugeza ubu sinzi iyo nzoja naho bavuga ngo bazotwimura ntituzi iyo tuzota imitwe. Birababaje». Umwe mu bubatse inzu mw’ideni yasavye muri Banki, avuga ko atabona aho agiye kugikwirwa kubw’uko atabona ingene agiye kubaho mu gihe atagira aho aba arakitse umusaya inyuma y’aho inzu yubatse yururutse ayitegereza. Umubabaro n’agahinda bivanze n’ukwitabariza n’ivyo biri mu bantu bahaba. Babikika gute? Inyuma yaho hibonekeje umugaga munini uguma waguka uhitana amazu, Umugwi w’igihugu ujejwe gukinga ibiza n’isibe warishikiye ku Winterekwa kwirabira ako kajegeza kaharangwa. Nyumbakumi Nahayo Sylvestre avuga ko uwo mugwi w’igihugu wabemereye ko ugiye kugira ivyirwa aho hantu kugira urabe ingene wohakingira ariko ko abahaba boba barimuka vuba na bwango atawurahasiga ubuzima. None bimuka gute mu gihe uburyo bari bafise bwahereye mu kwubaka izo nzu? Sylvestre Nahayo avuga ko uwubonye ageramiwe, we nyene aba arakuramwo akarenge kiwe atarahasiga agatwe.Ku bw’ico kiza c’umugaga,abantu bahaba baritabariza ubufasha. Reta ikore ivy’ishoboye ibarose aho baba barabaye,kuko ngo:« Inturumbuka irasa umuhanga»!
Tungurusumu, ingaburo-muti ikomeye ku magara y’umuntu
Tungurusumu ifatwa nk’uruboga canke ikirungo gifise uruhara mu gutunganya no kuvura imitsi minini. Ishobora gukiza no gukingira abantu indwara umuyoro. Itera abantu kuramba kandi abayikoresha cane nk’imfungurwa ntibakunda kurwara kanseri. Muri make tungurusumu, ni ingaburo-muti. «Ingaburo yawe yari ikwiriye kukubera umuti kandi n’umuti wawe wari ukwiriye kukubera ingaburo». Ayo ni amwe mu majambo J.Paul Uwineza, umuhinga yanonosoye ibijanye no gufungura akaba n’umukuru w’ishirahamwe ry’ubuhinga n’ubushakashatsi rijejwe gukinga no kuvura rikoresheje ibimera (SONUTD) avuga mu gihe aba ariko arasigura ivyiza vy’ingaburo-muti( Aliment-médicament). Ku bijanye na tungurusumu, Uwineza avuga ko ifise akamaro gahambaye ku magara y’umuntu. Mbere afatiye ku vyo abahinga bavuga, amenyesha ko yoba ishobora kuvura no gukinga indwara zirenga 80. Uyo muhinga mu bijanye n’imfunguro amenyesha ko tungurusumu yongera umubiri abasoda bo kwigwanira iyo utewe n’indwara kandi igakinga indwara zifatira mu bihimba bijejwe gutunganya umwanda muto. Igabanya umuvuduko w’amaraso gutyo igashobora gukiza indwara y’umutima.Irinda amaraso kwiremarema ikavura neza imitsi yipfundikanya, ibiturugunya no kuziba kw’imitsi ijana amaraso mu mpande zose z’umubiri. Igabanya ibinure n’isukari nyinshi mu mubiri maze ikavura indwara y’igisukari(diabete). Irinda abantu indwara yo gucibwamwo no kuribwa mu mara, igatera kwituma neza no gusohoka kw’imyanda isohokera mu ruhu. Igabanya umwuka mwinshi wo mu maraso no mu mushishito ari wo utera gusuragura kenshi canke gutura amangati.Tungurusumu iravura n’indwara zifatira mu bihimba vy’ihemero hamwe n’indwara zo ku ruhu. J.Paul Uwineza abandanya anavuga ko tungurusumu ifise vitamine A ijejwe igikuriro, ukubona neza, ugukomera kw’amagufa, gutunganya umushatsi, ubutinyanka bw’abakobwa bwiza, kwumva neza kw’amatwi, gukomera kw’amenyo, ituma akabiri gatemba itoto. Ifise na vitamine B, C na E. Ayo mavitamine yose na yo agatuma umuntu yiga afise umwete n’ubushake, kwifatira ingingo ngenderwako, gutahura neza, ivyiyumviro bituje,gufata ku mutwe, kugira umuvyibuho mwiza n’ibindi vyinshi. Uko tungurusumu ikoreshwa Uwo muhinga yanonosoye ibijanye no gufungura abandanya avuga ko kurya tungurusumu icagaguriye mu mfungurwa ari vyiza, ariko ko kuyicagagura ukayihekenya mu gitondo ata kindi kintu urarya ari vyiza kurusha. Avuga kandi ko umuntu ashobora gucagagura utugoma 3 (uturayi3) twa tungurusumu akatubiriza mw’iritiro imwe y’amazi akabikora mu minota nk’ 5, akanywa akarahuri 1 mu gitondo akandi ku mutaga, akandi ku mugoroba. Uwubigize uko aba agabanije akamoto kayo kameze nka kabi ariko kandi aba anagabanije n’inguvu zayo. Umuntu ashobora kandi kuyisekura akayitekana n’ibifungurwa canke akayiraza mu mazi akayinwa bukeye. Ariko naho tungurusumu ifise akamaro kenshi bituma uwo ari we wese yoyihurumbira, birabujijwe gukoresha tungurusumu mbisi nyinshi mu gihe uriko urava amaraso menshi aturutse mu gukomereka gutewe n’impanuka canke ariko ava mu gisebe, canke ava mu butinyanka bw’abakobwa bagize amaraso menshi. Birabujijwe ko umwana ari munsi y’amezi atandatu ahabwa tungurusumu kandi si vyiza ko umugore yibungenze ahora akoresha tungurusumu buri gihe.
Wari uzi ko kugona ari ingwara ishobora kwica umuntu ?
Mu gihe abatari bake bazi ko hahirira umuntu vyashitse agatiro kakamutwara yasamye, muganga Léonard Bivahagumye umuhinga yanonosoye ivy’ingwara zifatira mu mihogo, mu mazuru no mu matwi amenyesha ko burya kugona ari ingwara mu zindi. Irakingirwa, iravurwa kandi irakira iyo atari mvukanwa. Ni muri iyi nkuru. Guhirira canke kugona ni uguhema impwemu zigasohoka zivuga kuko ziba zagomerewe mu nzira n’uduhimba twitambitse mu karingoti impwemu zicamwo. Ibi bishika mu gihe umuntu asinziriye gusa. Nk’uko bisigurwa na muganga Bivahagumye, amajwi asohoka kubw’iyo ngwara aterwa n’uko aho impwemu zica umuntu asinziriye hamera nk’ahajugumira kurya umuyaga uhuhuta ugahungabanya ibendera. Ibice vyose bikikuje inzira z’ihemero kuva mu zuru, mu kanwa, gushika aho impwemu zinjira mu muringoti winjiza impwemu mu mahaha, birashobora guhungabana kubera biba vyaroroshe canke na ho inzira ikaba ari ntoyi. Ingaruka zo kugona Iyo umuntu ataronka neza impwemu asinziriye haraba ingaruka zitari nke. « Harya ivyo umubiri wunguka ubironka iyo uruhutse. Umuntu asinziriye, impwemu zirinjira, n’ubwonko bugashikirwa. Nk’umwana ntashobora gukura neza mu gihe abuze ivyo vyose. Ni hamwe ku murango usanga aguma arushe, ntakurikirane neza mw’ishure, n’izindi ngaruka tutadondaguye zose».N’umuntu akuze ni uko nyene, aguma ahunyiza akazi kiwe ntakarangure uko yavyipfuza kuko aguma arushe. Iyo rero vyarengeranye, umuntu arashobora gusinzira impwemu zikinjira zinigana n’ugupfa agashobora gupfa. Gute umuntu yokwikingira iyo ngwara ? Kugona bishobora kuva ku kuntu umuntu yaremwe canke na ho bikava ku bintu umuntu ashobora kwirinda we nyene. Muganga Bivahagumye atanga akarorero ku muntu usanga afise agasakanwa kameze nk’akiteye muri we. Ni ukuvuga ko igufa ry’umubangabanga riba na ryo nyene ryariteye gutyo inzira y’impwemu ikaba nto. Impwemu ntiziba zigisohotse neza ari yo mpamvu ahema ahirira. Ibi ntibivurwa, ntibinakingirwa kuko biba ari mvukanwa. Ni cokimwe n’ibiva ku ndesho y’izosi (iyo ari rigufi).         Uwo muhinga amenyesha kandi ko hari ibiterwa n’uko uduhimba two ku gisenge c’akanwa canke ku kamirabugari tuba tworoshe, tukaba tureture, canke na ho tukaba twarapfuye. Ivyo na vyo bigaterwa n’inzoga, itabi n’ibindi. Mu kwikingira iyo ngwara rero, aba bantu boheba iryo tabi n’inzoga, uwo vyankiye gose ko aheba icupa, akagabanya. Hari abandi rero bagona biturutse ku buvyibuhe burenze bw’umuhogo. Agira ati : « Iyo umuntu avyibushe, n’ururimi ruravyibuha, amatama akaba manini, bino bihimba bigaheza bikazibira umuhora impwemu zicamwo. Kubw’ivyo, umuntu yokwirinda kugira ibiro vy’umurengera mu gufungura neza, akagira ikarashishi ». Guhirira biravurwa… Iyo bitaturutse ku mpamvu mvukanwa, biravurwa umuntu agakira. Ariko rero, muganga Bivahagumye amenyesha ko uwo muntu biba ngombwa ko bamubaga kugira ngo ivyo bintu biba vyatambamye mu nzira impwemu zicamwo  bihere. Ngo hari n’ubundi buhinga bw’imashini aho umuntu aryama afise ikintu cagura ibice vy’ihemero bagishize mu kanwa canke mu mazuru, hakaba n’igisunika impwemu zikagenda n’inguvu kugira ngo umuntu ariko arahema impwemu ntizinigane. Muganga Bivahagumye akaba ahanurira abantu kubaho ubuzima bwiza, bakigengesera, bakirinda inzoga, itabi, bafungure ivyamwa, imboga, bagire ikarashishi kuko benshi usanga  barya bicaye, bakaja ku buzi bicaye, bakarya ingaburo zibagwiriza ibinure gutyo umubiri ukaremerwa bigaheza bikabakwegera ingwara zitari nke.
Umubiri w’umuntu urashobora kwama uhumura nabi kandi yiyoza kenshi : biravurwa
Birashoboka cane ko umuntu abaho akora isuku kenshi ariko akamana agahumuro kabi ku mubiri wiwe, akenshi ngo biva ku ngwara bita  « bromhidrose » nk’uko vyemezwa na muganga yanonosoye ivy’ingwara zo ku rukoba, Dr Belyse Kaneza. Uwufise ico kibazo akitura abaganga babinonosoye  ngo baramuha umuti agasubira akicara mu bandi… Benshi  mu bagendana iyo ngwara bakunda guhura n’ikibazo co kutaronka akaryo ko kwicara aho abandi bari naho nyene baba bafise ijambo bakabura aho bariserurira. Ukwinubwa n’ugutungwa urutoke  ngo bituma na bo nyene biyumva nk’ibicibwa, gutyo umutekano wo mu mutima ukabura eka mbere bamwe ugasanga bigungiye ahabonyene, ibishobora no kwadukana izindi ngwara zo mu mutwe kuko babona ko umenga kubaho batari mu bandi bisa n’ukutabaho, abandi mbere bakarondera no kwiyaka ubuzima. A.G, umusore w’imyaka 20 asengera mw’idini ry’aba-islam avuga ko kuba agendana iyo ngwara  bimutera ikibazo cane kuko avuga ko hari n’aho bihora bishika agatinya kuja gusengera mu bandi kuko biba ngombwa ko bakura ibirato mu gihe wewe yifitiye ikibazo c’uko akuye ibirato abadashimye kwiruka bafata amazuru. Agira ati : « Ntakwo ntagira mu kwoga mu birenge iminsi yose kandi n’ibirato n’amasogisi nkayambara amesuye neza ariko nkaguma mpumura nabi. Nabajije abagenzi bambwira ko bivana n’ubwoko bw’impuzu amasogisi mba naguze aba akozwemwo yamara narahinduye ntanyishu naronse». Kubwa muganga Kaneza, ingwara yo guhumura nabi mu birenge iva ku kubira icuya cinshi hama udukoko dusanzwe tuba mu mubiri tugahindura ico cuya kigaheza kigatanga ako gahumuro katari keza. Nk’uko abandanya abishikiriza, ikindi gituma ibirenge bihumura nabi ni ingwara y’ibimeme. Iyo ngwara ivurwa n’umuti bita « antimycosique » canke « antibacterien » igwanya twa dukoko tuba ku mubiri. Uwo muganga agahanura kandi gukora ibi bikurikira : Kwoga neza iminsi yose ugakurako ikibiribiri gikomeye co munsi y’ibirenge(cellules mortes), guhindura ibirato umuntu ntiyambare umwambaro umwe kabiri kikurikiranya, kwoza ibirato bikanikirwa ku zuba n’ibiburiburi rimwe mu ndwi, kwiyumutsa neza amaguru imbere yo kwambara ibirato, amashesheti akambarwa rimwe ku munsi, kunyuzamwo  umuntu akambara ibirato vyuguruye…. M.N.  umwigeme yiga mu mwaka w’icenda ngo ntiyorohewe na mba kuko iyo ageze mw’ishure ngo akunda guharirwa ivomo. Avuga ko abandi banyeshure bigana  bamwagiriza ngo anuka igikakwe kandi ngo ari umwanda mu gihe ata kwo atagira mu kwoga kenshi gashoboka, ariko ngo naho yoheza kwoga akisiga utuvuta nk’abandi, akitera agaparufe, yakama afise agahumuro yisangije. Agira ati : « Kwishure  ndonka uwo twicarana iyo mwigisha yinjiye honyene. Bishitse agasohoka, abo twari twicaranye bose banyororomba bigira ku yandi ma-rangées. Hari n’aho mbere nama niyumvira ko noheba ishure kuko sinorohewe na gato ». Muganga Kaneza, abandanya ahumuriza uwo wese afise ingwara bene iyo, aho amusaba kuja ku baganga babinonosoye akabiganira neza ikibazo afise bakagerageza kurondera ico bivako, ingwara ikavurirwa ku muzi.  Ariko rero, Dr. Kaneza asaba ko icobanza kwihutirwa imbere yo kuja kwivuza kwoba ukwitwararika isuku, umuntu akamwa ubwakwaha kandi akahanyukura neza n’ikinyuko, cokimwe no mu ngingo zikunda kubiramwo indugumba kenshi kuko navyo bishobora kuba imvo y’ako kamoto kabi.
Mu Burundi, umu Sage-Femme umwe afasha abakenyezi 27 080, OMS isaba kutarenza 5000
Igenekerezo rya 05 Rusama uko umwaka utashe, ni umunsi mpuzamakungu wahariwe kwibuka ibikorwa vy’aba «Sages-Femmes». Uwo na wo ukaba ari umwuga ukorerwamwo vyinshi harimwo no gufasha abavyeyi kwibaruka. Uyu munsi rero ukaba ushitse mu gihe mu Burundi ibitigiri vy’abanonosoye ivyigwa vy’irondoka rijanye n’amagara meza (Sage-Femme) kw’isoko ry’akazi bikiri bito ugereranije n’abakenyezi babitura. Mu 2017 umu sage-femme 1 yakurikirana abakenyezi 27080 bari mu gihe c’irondoka (hagati y’imyaka 15 na 49) .  Nk’uko tubiyagirwa n’umu Sage-Femme Harushimana Augustin, aserukira ishirahamwe M.A.A Vyara Uheke mu Burundi, afatiye ku matohoza yakozwe ku butaka bw’u Burundi, avuga ko ibitigiri vy’abize bakanonosora igisata ca Sage-Femme mu mwaka wa 2019 bari 1319, ariko muri bo abari bafise akazi bakaba bari 187. Na yo mu mwaka wa 2017 abari bafise akazi bari 103. Ico gitigiri rero ngo ni gito cane kuko afatiye ku vyigwa vyakozwe no ku bantu baba mu Burundi avuga ko umu «Sage-Femme» 1 afasha abakenyezi bari mu gihe co kurondoka(imyaka 15 kugeza 49) 27.080 mu gihe OMS yo isaba ko umu Sage-Femme 1 yofasha abakenyezi bari muri ico gihe(imyaka 15 gushika 49) 5000. Ivyo bitigiri binini vy’abitura umu Sage-Femme umwe mu Burundi ngo bituruka ku bitigiri bito vy’abahabwa akazi muri ico gisata kuko ku mavuriro menshi atababa bahari kubera ko bahitamwo gukoresha abaforoma. Ariko OMS yo isaba ko kuri buri vuriro haba hariko aba sage-femme 3 umwe wese akabwirizwa gukora amasaha 8 kugira iryo vuriro rimare amasaha 24h kuri 24h ririko umu sage-femme. Rero urugero ruto rw’abanonosoye ivyigwa vy’irondoka rijanye n’amagara meza bahabwa akazi rutuma n’ibitigiri vy’abakenyezi bapfa mu gihe c’ukwobaruka hamwe n’ivy’abana bapfa bakivuka bitagabanuka ku rugero rushimishije. Mu mwaka wa 2017, mu Burundi hapfa abagera kuri 334 ku bana 100.000 baba bavutse bakomeye mu gihe ihangiro rya Reta ari iry’uko mu 2030 ata mwana yoba agipfa mu gihe co kuvuka canke umukenyezi mu gihe c’ukwibaruka Sage femme, umwuga usaba ukwitanga SF Harushimana Augustin avuga ko uwo mwuga kuwukora ari umuhamagaro kuko uruhisha cane kandi usaba kwihangana no kwitangira ababitura. Ivyo abisigura muri aya majambo : « Burya iyo uriko urakurikirana umuvyeyi yibaruka bisaba kumuguma iruhande. Nta vyo gusinzira bibamwo. Iyo umukenyezi ari irya mbere agiye kwibaruka amara amasaha 12 ku bise, iyo yari amaze kwibaruka na ho amara amasa ari hagati ya 8 na 10 ari ku bise. Ivyo bise na vyo buba ari ububabare burenze urugero umukenyezi aba ariko. Hari igihe rero uca usanga uba uri umu sage-femme umwe uriko urakurikirana abantu batatu bose bari mu mibabaro y’ibise. No gufungura uravyibagira kuko uguma ukora witanga kugira urokore ubuzima bw’abo bavyeyi n’ibibondo baba biteze ».  Ariko rero uwo mwuga naho ugoye kandi uhabwa abakozi babinonosoye bake, kuva utangujwe mu Burundi akarusho karibonekeje. SF Augustin avuga ko ibitigiri vy’abavyeyi bapfa bariko baribaruka hamwe n’abana bapfa bariko baravuka vyagabanutse, indwara zo mu kigo zaragabanutse eka mbere n’izindi ngaruka nyinshi zaragabanutse cane kubera ko imbanyi zikurikiranwa neza n’ababinonosoye.
« Inyigisho zahawe abanyeshure mu kwikingira Ebola zabaye nkenerwa  mu kwirinda n’ibindi biza »
Kuva aho ikiza c’indwara ya Ebola kivugiwe cane ko kiriko kiriha inkumbi muri Repuburika iharanira Demokarasi ya Congo, Uburundi, na canecane intara zihana urubibe na Congo zaciye ziba maso maze zitangura kwigisha abantu ibiranga iyo ndwara n’uburyo bwo kuyirinda, ndetse n’ibindi biza vyokwaduka inyuma ya Ebola. Muri urwo rugamba rero, n’abanyeshure ntibasigaye inyuma. Kuri Ecofo Rugombo I na III uhageze, umunyeshure wese wobaza ati Ebola ni iki? Azokubwira adakekeranya ko Ebola ari umugera w’indwara wandukira ningoga kandi wica mu mwanya muto. Abo banyeshure bo kw’ayo mashure baremeza ko hari abigisha babigishije ibiranga uwo mugera mbere bakaba banishimira ko babimenye. Dorcas Ntiyatwibagiye umwana w’umwigeme w’imyaka 12 ubu yiga mu mwaka wa 5, ku bijanye n’ibimenyetso biranga uwo mugera w’indwara ya Ebola, abizi ku mutwe. Agira ati: « Uwo mugera urangwa n’ubushuhe,ukumeneka umutwe, ugucika intege, kuribwa no kutagira inguvu mu mitsi,guhurirwa ku mubiri, iseseme no kuyorwa, ugucibwamwo, kuva amaraso ahari intoboro zose z’umubiri». Ivyokorwa mu kwirindira Ebola n’izindi ngwara Ndayegamiye Jonas umunyeshure wo kuri ecofo Rugombo III avuga ko bigishijwe ko iyo umuntu agaragaje ibimenyetso vy’indwara ya Ebola imbere yo gushikanwa kw’ivuriro abanza kwitura abantu bahawe inyigisho zerekeye Ebola, n’ibindi biza, agataramurwa agashirwa ahawenyene, hama bakabona ku mujana mu bitaro vyagenewe kwakira abo bagwayi kugira akurikiranwe mu kuvugwa n’abaganga babinonosoye. #Burundi #CoronaVirusUpdate pic.twitter.com/4bO6FQNSNA Irishura Samson wo kuri Ecofo Rugombo I agira ati: « Kwirinda uwo mugera wa Ebola ni ugutaramura umuntu yoba agaragaza ibimenyetso vy’uwo mugera, agashirwa ahawenyene, gukaraba buri mwanya canecane iyo uhejeje kuyorwa canke iyo uvuye mu bwiherero». Eddi wo kuri iryo shure nyene, avuga ko mu vyo bokwirinda kandi harimwo kudakora canke kutiramba ivyavuye mu mubiri w’uwiketswe ari nk’amasobwe,umwanda mukuru, ibiyorwe,amate, intuguta, amaberebere n’ibindi. Uwo munyeshure yongera akavuga kandi ko bokwirinda ibikoresho vyose vyoba vyakoreshejwe n’uwugwaye canke uwikekwako ivyo bimenyetso ari nk’ishuka,impuzu, ubwiherero bwakoreshejwe n’uwufise ibimenyetso vyawo,… Wizeyimana Salif wo kuri Ecofo Rugombo III na we yongera ko kizira kikazirizwa kwegera ibikoko vyanduye yaba ivyapfuye canke ibikomeye canke ko umuntu yokora kuvyavuye kuri ivyo bikoko. Muri vyo, akaba adondagura inguge, inkende, uduhungarema, ibinyogoto,ingeregere, ingurube n’ibindi. Mu gihe ikindi kiza giherutse kwaduka arico korona virisi kigisibije kw’isi yose, ico kiza kije gisange urwo rwaruka rufise ubumenyi buhagije kubijanye no kwirinda ibiza, na cane cane Ebola, narirya uburyo bwo kuyikingira budatandukanye cane n’ubwa Ebola, aho ihimirizwa rinini rihagaze mu gukaraba kenshi mu ntoke, no mu kwirinda gukoranako canke kwegerana.
Gusoba aho uryamye uri umuntu akuze ni indwara ivurwa igakira
Abantu benshi usanga badatahura igituma hari abantu bakuze mbere bubatse basoba mu gitanda iyo baryamye mw’ijoro. Ariko burya ngo biratahuritse kuko biva ku ndwara yitwa «Enurésie nocturne» yo kubura ubushobozi bw’agasaho k’umukoyo, nk’uko umuhinga mu bijanye n’inyifato, Blaise Nzikobanyanka abivuga. N.J ni umugabo w’imyaka 28, avuga ko kuva mu bwana kugeza ubu atigeze ahagarika gusoba aho aryamye. Agira ati :« Jewe nta ko muhira batangize ngo mpebe gusoba ku buriri. Mama yarankubita, akanrya ibinuma ku gahungu kanje, eka mbere maze gukura yaranakababako isusa canke urwaga kugira ndabihebe, vyaranse. Numva isoni n’ibimaramare. Nari naratinye no kurondera umugore kubera ubwoba, ariko abantu bambwiye ngo ndamuronse vyohera. Narabikoze, ariko vyaranse, mbere kuva nubatse haheze imyaka 10 maze kuvana n’abagore batatu ». Uyo mugabo rero umubajije ko yoba azi ikibituma, akubwira ko agerageza kuvyirinda ariko bica mu ndoto akikangura yahejeje kujobeka ivyo arayemwo. Kuri ico kibazo co kwisobako, umuhinga mu bijanye n’inyifato Blaise Nzikobanyanka avuga ko ku bana bafise imyaka iva ku 7 n’iyirenga iyo babandanije basoba aho baryamye baba barwaye indwara ituma agasaho k’umukoyo kadashobora kugumya umukoyo umwanya munini igihe basinziriye « Enurésie nocturne ». Akavuga rero ko indoto ziri muri bimwe bituma haba gusoba aho umuntu aryamye biturutse ku kuntu uyo muntu aba abona umenga ari ahantu hiherereye ashobora kwihagarika neza. Ariko ngo si ivyo gusa, Nzikobanyanka abandanya avuga ko ugusoba aho umuntu aryamye bitava ku ndoto gusa biva no ku bintu vyinshi. Agira ati: «Biranava ku ndwara zifatira mu bihimba vy’umukoyo bigatuma habaho gushaka kwihagarika vyihuta umuntu atavyiteguriye . Ubwoba, agahinda, akaborerwe karenze na vyo nyene ngo biratuma umuntu adashobora kwitahura no kugumya umukoyo wiwe. Ivyo vyose bituma umuntu yumva isoni, ibimaramare canke ukugabanuka kw’ukwiyemera bituma ugusoba aho umuntu aryamye bigenda vyiyongera ». Iyo ndwara iravugwa igakira Blaise Nzikobanyanka avuga ko kubera ugusoba aho umuntu aryamye bituruka ku mvo nyinshi,harimwo n’izifatiye ku bice vy’umubiri (causes physiques) canke zo mu mutwe (causes psychiques) igica cihutirwa ni ukumenya imvo nyezina yatumye haba ikibazo c’ukwisobako mu gihe umuntu aryamye. Igituma kimaze kumenyekana umuntu yoca yitura umuganga yize ibijanye n’imvo ivyo vyaturutseko. Ariko n’ubwo biri uko, uwo muhinga mu bijanye n’inyifato avuga ko umuntu akuze canecane yotumbera umuhinga mu bijanye n’inyifato kuko ngo bisanzwe atari vyiza kwumvisha uwufise ico kibazo ko azokizwa n’imiti. Uyo rero ngo araheza agafashwa hakoreshejwe ikiyago hamwe no kwumvirizwa, maze akerekwa neza ko ariwe ategeka umubiri wiwe kandi ko ashoboye kubihagarika. Ivyo ngo ni vyo biheza bikamufasha gutahura ingene yifata mu gihe ashatse gusoba aho aryamye. Ku bijanye no kurinda gusoba aho umuntu aryamye, Nzikobanyanka avuga ko abavyeyi bohera ku kumenyereza abana babo kuva bakiri bato kutagumya umukoyo wabo umwanya munini no kubamenyereza kuvyuka bakaja kwihagarika mu gihe bumvise umukoyo uje. Kandi abavyeyi bakamenya ko kizira guturubika umwana mu kumukubita canke kumubaba ibimusinzikaza nk’isusa,urwaga,igisuru n’ibindi kuko ataco bifasha ahubwo bituma yongereza gusoba aho aryamye.
Abanyeshure barahagaritse umutima kubera ikiza c’umugera korona
Kuva aho
hamenyekaniye ko mu Burundi hari abantu bagwaye umugera korona, ubwoba ni
bwinshi mu banyeshure babandanya bahurira hamwe mu mashure. Uwo ari we wese
atonda umutima utari mu nda yibaza ko hamwe hoba hari umwe muri bagenziwe yoba
yaranduye uwo umugera yohava yanduza abo bigana bose. M.G ni umunyeshure yiga muri imwe mu
makaminuza yigenga iri mu gisagara ca Bujumbura. Kuva acumva ko mu Burundi ico
kiza cahageze, yifatiye ingingo yo kudasubira gutonda mw’ishure kiretse agiye
gukora ikibazo gusa. Agira ati: «Urabona
mw’ishure tuhahurira tuvuye mu makaritiye atandukanye. Hari igihe wosanga hari
umunyeshure yaba mu gace uwatowe uwo mugera yabamwo ugasanga nawe aranduye.
Kubera abanyeshure tuguma duhura wosanga ibigo vyose vyafashwe. Rero jewe nzoba
ndabangira,nzosubirayo mu gihe mbona bikenewe, dufise nk’ikibazo». Nawe M.J yiga muri kaminuza
nderabigisha ENS, avuga ko n’ubwo atonda kw’ishure, agenda afise ubwoba
bwinshi. Agira ati: «Ntubona ko ubu bamaze kuvuga ko hagwaye koronavirisi abantu
3, nibakwira nka cumi bataratanga itegeko ryokwugara amashure, nzoca ntekera
utwanje nidugire iwacu ruguru kuko hoho vyopfuma nta ruza n’uruja ruriyo. Maze
hariho n’abatagitonda kw’ishure iwacu kubera ubwoba»! Naho ku mashure hafashwe ingingo yuko
umunyeshure wese abanza gukaraba n’amazi meza n’isabune imbere yo kuja
mw’ishure, bamwe mu banyeshure bavuga ko ivyo bidahagije. Kuko ngo baheza
gukaraba bagaca bahurira ku ntebe imwe barenga babiri, eka mbere ugasanga
baguma batizanya utuntu n’utundi banasamuriranirako. Mw’ishure ngo no gusiga
umwanya mu gihe bavugana hagati yabo ntibidakunda.   Reta y’Uburundi iti: «Nimugume ku bikorwa vyanyu» Mw’itangazo Reta y’Uburundi yasohoye ku 02 ndamukiza 2020, irahumuriza
abantu bose ko boguma ku mirimo yabo. Imenyesha ko kugeza ubu ata zindi ngingo
zirafatwa kiretse izihasanzwe zo gukurikiza amabwirizwa y’isuku. Ahubwo nyabuna
ihamagarira abantu kutumviriza inkuru zica ivutu no gushengeza abakwiragiza
ibihuha ko nihagira igihinduka mu bijanye n’ingingo bizomenyeshwa na Reta
ibicishije mu nzego zibijejwe. N’umushikiranganji wo kubungabunga amagara y’abantu avuga ko abantu badakwiye kugira ubwoba,ahubwo borema bakijukira kwikingira. Bishitse umuntu akagwara uwo mugera naho ngo ni ukumenya ko uwo mugera uvurwa ugakira. Kubw’ivyo rero, ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu buhamagarira abantu bose gutekana maze bakaguma ku bikorwa vyabo nk’uko bisanzwe ariko bakitwararika gusumba gukurikiza ingingo ngenderwako zitangwa n’abajejwe amagara y’abantu.  Mwomenya rero ko mu vyo kwitwararikwa
cane kugira abantu birinde ico kiza ari ugukaraba kenshi hakoreshejwe amazi
meza n’isabune, kwirinda kuramukanya indamutso zo guhoberana canke gukorana mu
ntoke, kutikora mu maso ku mazuru no ku munwa kutaja mu migwi ikoraniyemwo
abantu benshi, gusiga umwanya ungana n’imetero hagati y’umuntu n’uwundi,
kudakororera canke ngo wikokomorere aho ariho hose, kwasamurira mu ntege
y’inkokora, n’ibindi.
Burundi : ukuri kuri « Coronavirus » ntigukwiye kumirwa n’amajwi y’ibihuha n’ibinyoma
Igihe cose iyo ikiza
cadutse, cama giherekezwa n’ibihuha vyinshi, abigira abahinga ntibabura, nayo abigisha
ukabasanga hose. Uri abavuga ukuri, ababesha, abatwara inkuru ukutari kwo,
abanyagihugu bagatekerwa n’ubwoba mbere bamwe bagatekera bagahunga. Haba hageze
ko abafise ubumenyi n’amajwi ashika kure bagira ico bakoze. Kw’igenekerezo ryo ku wa 24 ntwarante, umukuru w’igisagara ca Bujumbura ari kumwe n’abajejwe amagara y’abantu, abaririmvyi, abamenyeshamakuru, abaserukira amashirahamwe, abikorera utwabo  n’abandi bakoranye mu ntumbero yo guhanahana ivyiyumviro ku bijanye n’inyifato yobera muri iki gihe  ikiza  « Coronavirus » kiriko kirasasika inganda mw’isi. Kuki iyo migwi  ? Ifise amajwi agera kure. Nk’uko umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa yabishikirije, abaririmvyi bakurikiranwa n’abantu benshi bashoboka kandi indirimbo zabo zirarengana zigashika kure hashoboka. Agira ati : « Ari nka hamwe boja hamwe bagakora ururirimbo ruvuga ingene uwo mugera ufata, ibimenyetso n’ivyokorwa mu kuwikingira vyofasha cane ». Ni co kimwe n’insamirizi hamwe n’ibimenyeshamakuru  bihamagarirwa kuremesha ibiganiro kenshi gashoboka  ku vy’ico kiza ca « Coronavirus ». « Coronavirus »
ntiratorwa mu Burundi ariko nta gusya bwose Muganga Benjamin Ndagijimana ahamagarira abanyagihugu kwitwararika na ntaryo gukaraba neza n’amazi meza n’isabuni  kuko ari bwo buryo bwa mbere bwo kuyirinda. « Hari abakaraba bacunze umuntu ku kigohe, babona aravye hirya bagaca babiheba nk’aho umenga ni umugozi bashizwe mw’izosi.»  Abo bakwiye kumenya ko ata neza bishakira, kandi ko ata n’iyo bashakira igihugu. Muganga Benjamin yibutsa ko umuco  w’uguhoberana, indamukanyo y’uguhana amabizu, gukorana mu minwe ari ukubiheba, nyabuna abantu bakimenyereza indamutso y’amahoro, gukozanyako inkokora, gukozanya ko ibirato mu kwikingira n’ugukingira abandi. Ugomvye gukorora, canke wasamuye wegeranye n’umuntu, bisabwa ko uca umuha umugongo maze umunwa ukawupfukisha ingingo y’ukuboko kugira ntihagire uwo utarukirizako amate. Kubera iki atari vyiza
kwikinga urushi iyo uriko urakorora ?  Muganga Benjamin
aratanga umuco : « Iyo
ukoroye usanzwe ugwaye umugera wa Coronavirus ukikingiriza ikiganza, uwusiga
muri co kuko burya ahanini uca mu mate.
Hari aho uheza ugakora ku gikoresho, ukawusigako uwundi yagikorako ukaba
uramwandukije. Uca uja kuramukanya n’abantu, ukaba uwubahereje, gutyo gutyo ».
Ni yo mpamvu umuntu ahamagarirwa gukaraba kenshi gashoboka n’amazi meza
n’isabuni, akinyukura neza, akoza inzara, ibombo n’inzugi  aka vyuguruza inkokora n’amaguru  canke na ho agafatisha impapuro ariko
ntakoreko. Tubamenyeshe ko Mairie ya Bujumbura igiye gukoresha umuduga
wayo,  abarongoye amakomine bakoreshe izo
bahawe baje bazunguruka mu makaratiye imiduga yikoreye ivyuma bisamiriza amajwi
bigenda vyigisha ivy’ugukaraba n’amazi meza n’isabuni. Nayo abaririmvyi bari  bitavye muri uwo mubonano bahavuye bemeye ko bagiye kuja hamwe batunganye ururirimbo rumenyesha inyifato abanyagihugu bogira muri ibi bihe vya Coronavirus.
Ishirahamwe « Alliance for a Better Generation » ryaronkeje amasabuni arenga 2000 abatewe n’umwuzurira
Muri iki gihe igihugu c’Uburundi gifise umwitwarariko udasanzwe wo guhamagarira abanyagihugu kwikingira ikiza ca Coronavirus, ishirahamwe ABG (Alliance for a Better Generation » ryaronkeje, kuri uwu wa 21 Ntwarante 2020 amasabuni arenga 2000 imiryango 162 yaburiye ababo n’ivyabo ku Winterekwa, zone Gihosha biturutse ku mwuzurira w’amazi wahateye  Ico gikorwa
co gushigikira iyo miryango mu kuyironsa amasabuni cakiranwe umunezero
udasanzwe n’iyo miryango kuko ngo bari bayakeneye gose ubona ko bataranongera
kuronka uburyo ngo bashobore gusubira nk’uko bari bameze ubwa mbere. Inyigisho
z’ingene umugera wa Coronavirus wikingirwa zagarutsweko cane na bamwe mu bakozi
ba Croix Rouge bari bakoraniye aho eka baranaberekera ingene bazohora bakaraba
n’amazi meza n’isabuni. Eka mbere baranibukijwe ko umugenzo wo kugwana mu nda
woba urabangirwa, ugusomagurana hamwe n’ibindi. Rosette
Bigirimana, umwe mu bakenyezi  bari bari aho,
ntiyashimye kwigumizamwo akabazo kari kamubakiye aho yabajije  ati : «None nimba kugwana mu nda bibujijwe, ntitucemerewe kurarana n’abagabo
bacu»? Abamukikuje bicwa n’agatwengo bati : « Tekana ibikundana birajana ». Hari n’ubufasha bwo kuvura ibikomere
vyo ku mutima bugiye gukurikira… Nk’uko
bishikirizwa na Gervais Ntirampeba yatanguje akaba ari na we aserukira iryo  shirahamwe
ABG, ngo hari ibikorwa vyo kwumviriza no gufasha abagize ihahamuka inyuma y’aho
baburiye ababo n’ivyabo eka n’abagisinzikaye mu mitima. Elvis
Rwamigabo, uwakurikiranye ivyigwa vy’inyifato agira
ati : « Burya Kugarukira
ku babuze ababo ukabaronsa  ibifungurwa
canke ivyambarwa n’ibindi ni vyiza. Ariko rero hari igikorwa gikomeye co
kubumviriza n’ukubafasha kuko hari nk’abo usanga bama bariko bararota babona
ababo bagarutse gutyo bakamana agahinda mu mitima yabo. Abo rero ni bo tugiye
gukurikirana tubayagishe, tubaremeshe, tunabereke ko naho vyashitse ubuzima butahagaze
».  Elvis
Rwamigabo akamenyesha kandi ko iyo abantu bagize ibikomere mu mitima igihe
kirekire bakabura uwubafasha hari aho bamwe bahitamwo kwiyaka ubuzima abandi na
bo ugasanga bahavuye bata ubwenge. Kukaba nkako, umwe mu begeranirijwe muri iyo
kambi ngo aramaze guta umutwe nk’uko vyemezwa n’abahaba. C.D, umukenyezi wo muri abo bagize ivyago agashimira ishirahamwe ABGkuba ryabiyumviriyeko kuko ngo ha mpande y’uko ico kiza ca Coronavirus cakaze, abakenyezi co kimwe n’abigeme ngo basanzwe bama bakenera kugira isuku kenshi haba ku mubiri eka no ku vyambarwa. Agasaba n’ayandi mashirahamwe afise ico yobafashisha ko yobagarukirako.
Ibice 98% vy’abantu baba banduye ikiza Coronavirus barashobora gukira
Ku
bantu 100 baba banduye ikiza c’umugera wa Coronavirus, abashika 2 ni bo
bashobora gupfa, na yo 98 bagakira bivanye n’ingene abasoda bo mu mubiri bafise
ubushobozi bwo kwigwanira neza. Vyashikirijwe n’umushikiranganji w’amagara
y’abantu mu Burundi Thaddée Ndikumana mu nyigisho nkarishabwenge zerekeye ico
kiza zariko zirahabwa abanyamakuru kuri uwu wa 20 ntwarante kuri Hoteri Royal
Palace. Ku bijanye n’ababangamirwa na coronavirus, umushikiranganji Thaddée Ndikumana agira ati : « Ico kiza ahanini gikarira abantu bitereye mu myaka, abantu usanga bariziziwe n’ibitabi bikabasinzikariza amahaha hamwe n’abantu bagendana indwara zidakira nk’igisukari cananiranye kuvura, abafise indwara y’umurindi w’amaraso, za cancer, aho usanga abo bantu ata basoda bo mu mubiri bagifise babafasha kwigwanira ». Uyo mushikiranganji akaba yavuze ko iyo umuntu afise abasoda bakwiye mu mubiri kandi bakora neza bavugwa vyoroshe nka kurya bavura « Grippe » kandi bagakira. Ariko ngo iyo umuntu abasoda biwe badakwiye, baca bamushiramwo akuma kamufasha guhema gutyo abasoda bo mu mubiri bamurwanirira bakaba bariyongera maze akavurwa ugasanga arashoboye gukira. Thaddée Ndikumana avuga kandi ko ico
kiza kidatandukanye cane na « Grippe » kuko vyose bihurira ku
kwasamura, kurekereza ibiseru, kumeneka umutwe, ubushuhe usanga bungana canke burenza
38,5c°, ugukorora cane ariko ikintu gica ciyongerako iyo ari Coronavirus n’uko
uwuyirwaye ahema vyanka, akabura impwemu nziza gutyo amahaha akononekara. Hokorwa iki ngo Uburundi ntibwinjiranwe ?  Ko mu Burundi ata muntu n’umwe arandura ico kiza c’umugera wa Coronavirus, muganga Liliane Nkengurutse avuga ko abantu bakwiye kubanza gutekana mu mitima, bakirinda inkuru zose zibaca ivutu maze bakijukira gushira mu ngiro amabwirizwa ajanye no gukinga hamwe no kwikingira Coronavirus bahabwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu.   Muganga Nkengurutse avuga ko mu gihe hagiyemwo ugushaka, kwikingira no gukingira abandi ico kiza bitagoye. Agira ati : « Abantu bakwiriye gushira mu bwenge bwabo umuco wo kwama bariko bakaraba bakoresheje amazi meza n’isabuni, kwirinda kwasamurira mu bantu, kutimyirira no kutikokomorera aho ari ho hose, gukoresha amazi arimwo chlore, gukoresha amavuta yica imigera, kwirinda gukoranako, kutaja mu migwi irimwo abantu benshi, … Ivyo bikozwe neza bizokinga Coronavirus hamwe n’izindi ndwara zituruka kw’isuku rike ».  Na yo ku biyumvira ko ico kiza bocirinda bakoresheje twa dutambara dufuka umunwa n’amazuru (masques), uwo muganga avuga ko abibaza ivyo bihenda cane. Agira ati : « Utwo dutambara duhabwa abanduye kugira bakoroye canke basamuye imigera igumemwo ntibayikwiragize mu bo barikumwe. Hari n’uduhabwa abaganga bakoresha iyo bariko baravura abo bagwayi ». Yaciye aboneraho n’akaryo ko kumenyesha ko usivye ko ababugura baba bariko baronona amahera yabo ata co gafasha kinini kuko iyo umuntu akambaye ari kumwe n’uwanduye atakambaye arinze amwasamurirako ntakibuza ko na we nyene aca yandura. Kiranoneho uyo muganga avuga ko n’iyo ako ka « masque » gahawe umurwayi agakoresha amasaha atarenga atatu gusa kuko ari co kiringo katarenza gakora neza.
Burundi : ingingo nshasha zafashwe mu ntumbero yo gukinga ikiza ca Coronavirus
Ibibanza bihuriramwo abantu benshi nk’amavuriro, ibitaro, amashure, ibibuga vy’inkino, ibiro, amasengero, amahoteri, amasoko, uburiro, n’ubunywero, … bibwirizwa gutegekanya ibibanza vyo gukarabiramwo n’amazi meza n’isabuni canke amazi arimwo imiti yica imigera « chlore» nk’uburyo bumwe buhambaye bwo gukinga Coronavirus.  Vyashikirijwe
n’umushikiranganji ajejwe kubungabunga amagara y’abantu no kugwanya Sida
Thaddée Ndikumana aho kuri uno wa 12 ntwarante 2020 yahaye ikiganiro
abanyamakuru ku biriko birakorwa mu ntumbero yo gukinga ikiza ca coronavirus. Muribuka ko mu
bikorwa vyo gukinga coronavirus mu Burundi, ubushikiranganji bw’amagara
y’abantu bwari bwafashe ingingo yuko abantu bava mu bihugu bimaze kuvugwamwo
uwo mugera bashitse ku kibuga c’indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye baca
burizwa imiduga bakajanwa mu kibanza cabigenewe kugira bakurikiranwe ko
atawushobora kugaragaza ibimenyetso vy’uwo mugera mu kiringo c’iminsi 14.  Ubu rero ntibikiri
ivyo bihugu gusa, umushikiranganji Thaddée Ndikumana avuga ko kubera hari
abantu bava muri ivyo bihugu bivugwamwo uwo mugera barinda guca mu bihugu uwo
mugera utaribonekezamwo, kugira bashike mu Burundi, hafashwe ingingo yuko
abantu bose bavuye mu bihugu vyunze ubumwe vya Buraya canke binjiye mu Burundi,
hari haheze iminsi 14 baragize ingendo muri ivyo bihugu, babanza gucishwa  mw’ihoteri Source du Nil kugira basuzumwe
n’abaganga aho bahamara iminsi 14 bakurikiranwa, mu kurindira ko hari uwogaragaza
ibimenyetso vyawo maze ace ajanwa ku bitaro vyabigenewe biri ku Mudubugu mu
ntara ya Bubanza. Hamwe n’ivyo rero, kuva aho hafatiwe iyo ngingo abantu
bashika 34 bavuye mu bihugu bivugwamwo uwo mugera baramaze gushikanwa mw’ihoteri
Source du Nil aho abaganga baguma babakurikirana. Hari
n’ibindi bisabwa … Ubwo bushikiranganji
buraba ibijanye n’amagara y’abantu mu Burundi busaba abakorera ku kibuga
c’indenge mpuzamakungu Melchior Ndadaye ko, kubera abantu bava muri ivyo bihugu
bashobora kubesha ibihugu bavuyemwo mu gihe bariko baruzuza impapuro z’umwidondoro,
bohabera maso bakaza bararaba ko mu vy’ukuri ivyo bandika bihuye n’ibiri ku
mpapuro z’inzira zabo (passport).  Ubwo bushikiranganji
bubandanya bwibutsa abanyagihu bose ko izo ngingo zo gukinga ico kiza ziraba
umukuru n’umuto. Bushimika buvuga ko iyo ugeze aho mu kwinjira ubanza gukaraba,
ni ngombwa ko umuntu abikurikiza ataravye ico ari kanatsinda ngo gukaraba biri
mu mabwirizwa y’isuku.  Nayo kubiyumvira yuko abantu bashobora kuza n’indege bagera mu bihugu bibanyi bakururuka kugira binjire mu Burundi, uwo mushikiranganji avuga ko mu ntara zose zihana urubibe n’Uburundi hari abaganga bigishijwe ibijanye n’uwo mugera babikurikirana. Avuga kandi ko igishimishije kuruta hari ibibanza vyari vyateguriwe kwakira abokwikekwako umugera wa Ebola ko ari vyo bizokora no kuri Coronavirus.
Gushaza : kera bisatuza amenyo, ubu hagezweho za « piercing »na « tatouage »
Kuva aho hambere hahise, umurundikazi
yamye akunda kwishariza, akambara utudede mw’izosi, mu kayunguyungu n’ahandi
eka mbere yagendana n’ikazanga (amavuta yo kwisiga), yashika ahikinze akiramba
tuno tuvuta ku munwa kugira ngo yame aboneka neza n’iminwa ntigaduke. Uno munsi
mu gushaza barisaragura ku mubiri « tatouage », bakimonora
« maquillage » bakanitobora uruhu « piercing ». Ariko rero
ngo bishobora kubakwegera akaga …. Kurondera
kwama bajejeta itoto ni yo nyamuko y’ukwibabaza. Aho ubona na kera narindi ngo
abarundikazi bamye bashaza mu buryo butandukanye. Eka ngo kwisatuza iryinyo uriko urondera inyinyi ngo
kwari ukurondera ubwiza ariko vyasaba gutimbisha nk’uko vyemezwa na M.N,
umutamakazi w’imyaka 80 yabonye ako ga kuku akiri muto. Ngo umwigeme bamaze
kumucira ako kenge hagati y’amenyo ngo vyaba bibereye cane kuko ngo yararenga
imisore ikarenguka. Reka
umwigeme w’aho hambere yikore kuko na we yarashaka kubwirwa utujambo twabwirwa
abeza muri ico gihe ngo : « Uri mwiza nk’ayo kw’iteke, nyene
amenyo y’intaragande yabuze ikiyaharura agaharurwa n’Imana, ufise ubwirabure
nka nanda, uri maso y’inyana, nyene imirundi izira imibango, imisaya yawe isa
n’isenga, … ». Asanzwe afise akayobe ho bagira bati : « Genda
mwigeme uri Nzobe y’ikimonge pe. » Uno munsi ho birakomeye Uwutitoboye ku mubiri ngo ace umwenge aho azocisha ihereni aharurwa nk’uwasizwe n’amajambere. Ubwa mbere hari hijukiwe amatwi, ubu amazuru n’imikondo ni vyo bigeramiwe. Icibagiwe ni ibigohegohe zirirwa ku rwembe. Burya ngo gushaza ni ugushinyiriza. Umwigeme K.C n’uno munsi yambaye ihereni ku zuru. Uwo, amenyesha ko ububabare yagize atazopfa abwibagiye. Ngo yagwaye ikiguma ukwezi kwose.  Ariko aragaruka akagira ati : « Jeho ndivugisha.  Hari mugenzanje we yitoboje ku mukondo, ivyamushikiye ni akamuna. Burya yamaze umwaka wose atarakira neza ». Hari
n’izindi ngaruka zikomeye … Muganga Belyse Kaneza yanonosoye ivy’ingwara zifatira
ku rukoba amenyesha ko n’ubwo vyirukirwa cane, hari ingaruka nyinshi usanga
zivyihetse inyuma : « Iyo umuntu yisiga ama-« produits »
adahuye n’urukoba rwiwe, biratuma ibiherehere vyamuza ku mubiri, umubiri
ugasaza hataragera, uruhu rukajako amabarabara yaturutse kuri vya bihere
vyavyimba bikimena hagasigara inkovu. »  Muganga Belyse arongera akamenyesha kandi ko ku bakoresha ama « tatouages », ingaruka zishobora kuba nyinshi mbere na « cancer » yo ku rukoba igateba ikinjira biturutse kw’irangi ryakoreshejwe.  Haraza uduherehere, tugasha, tukimena n’ibikomere bikaza. Uwo muganga akagira ati : « Ababigira barahore babigira bazi ingaruka zavyo ».
Burya ukutumva neza biva kuki?
Abantu batumva neza 465 barituye ikigo « Starkey Hearing Foundation » mu ntumbero yo kurondera ubufasha bw’indwara y’ukutumva neza. Muri bo, abarwayi 405 bararonkejwe utwuma bashira mu matwi tubafasha kwumva na yo 60 bahabwa imiti. Ivyo vyashikirijwe na André Papy Karubi umuhuzabikorwa muri ico kigo aho kuri uwu wa 3 ntwarante bariko barakira abarwayi basanzwe bakurikirana bongera bahimbaza ku ncuro ya mbere mu Burundi umunsi mpuzamakungu wahariwe kwumva neza. Icivugo cuwo munsi
kigira giti: « Naho umuntu atoba yumva neza, kwa muganga bashobora ku mufasha
maze akabandanya yiteza imbere ». Karubi André Papy akaba amenyesha ko
abagendana indwara zo kutumva neza akenshi usanga bamana akabonge, bakikumira
mu kibano ntibashimishwe no kuba aho abandi bari kubera ko bashavuzwa n’uko
abandi bababwira ibintu ntibabitahure n’ivyo babatumye kuzana bagasanga bazanye
ibitari vyo. Ivyo ngo bica bibababaza bagahitamwo kwigunga maze bigatuma
n’iterambere ryabo ritagenda neza. Ibitera
kutumva neza Karubi avuga ko
ukutumva neza biri kwinshi. Agira ati: « Hari abumva umuntu avuze cane, hari
abumva uwuvuze bukebuke, hari abumva bakuravye ku minwa, hari n’abatumva
n’akimwe ». Rero ngo mu bitera ukutumva neza harimwo imicafu yinjira mu
matwi, abana bavukana ubwo bumuga, impanuka umuntu ashobora kugira, imiti
abarwayi bafata canecane iya malaria, imiti y’igituntu, abagenda baratakaza
ukwumva biturutse ku myaka, kwama mu nduru z’amamashini ahinda, indwara ya
mugiga, indwara zo mu matwi bareka kwivuza, kwumviriza imiziki hakoreshejwe
ivyuma bashira mu matwi, n’ibindi. Minani Salvator
umwe mu bafise ikibazo co kwumva neza bari baje kuraba uko amagara yabo atera
aba meza mu bijanye no kwumva kuri uwu munsi wahariwe ukwumva neza, arishimira
ko ubu asigaye yumva kandi arangura ibikorwa vyiwe ukuri kwamye. Agira ati: « Inyuma
yogutakaza ukwumva kwanje biturutse ku miti ya malaria nafata, naciye
ndanatakaza abantu bahora baza gushonesha impuzu iwanje kuko tutumvikana. Numva
nikumiriye mbere n’umuryango wanje wari utunzwe n’ivyo nkura mu carahani wari
utanguye kubaho nabi kuko na wo nyene ntitwumvikana.nongeye kwumva kuva aho iki
kigo kimpireye utu twuma nshira mu matwi ».  Na we Yvan
Niyonkuru, umuyabaga, arishimira kuba yarabandanije ishure inyuma yaho yagire
ahagarikire kwiga bivuye ku ndwara yo kutumva neza yari yamufashe. Ubu avuga ko
yiga neza kubera akuma kamufasha kwumva yaronse. Kubera ko iyo
ndwara iri mu zibangamiye amagara y’abantu n’ubushikiranganji bw’amagara
y’abantu no kurwanya n’umugera Sida mu Burundi bubicishije mw’itangazo
bwasohoye kuri uwo munsi mpuzamakungu wahariwe kwumva neza burahimiriza abantu
bose kwirinda indwara zo mu matwi na cane cane izituma abantu batumva neza.
Ivyo rero ngo mu kubigira n’uko abantu bokwitura abaganga, bakivuza hakiri kare
kuko be n’izo ndwara zivugwa zigakira.
« Kwonsa neza birakinga imbanyi z’urutavanako »
Iyo abagore baheruka kwibaruka bahanurwa guca baza baronsa abana babo neza kandi ku gihe umwana ashakiyeko ibere kuko biri mu buryo bukinga imbanyi zikunda kwibonekeza ku bavyeyi batari bake bibungenga bakiva mu kiriri. Ivyo bishikirizwa na muganga Gilbert Nibitanga umuhinga mu bijanye n’irondoka (gynécologue).  Hari abavyeyi
batari bake na canecane ab’usanga bafise ubuzi barangurira kure y’aho basanzwe
baba canke abatinya kwonsa ku gutinya ko amabere yabo yogwa bitabashobokera ko
bama bariko baronsa abana babo neza kandi ku gihe. Muri ico gihe hari abagore bahitamwo
kwikama amaberebere, abandi bakagura amata y’inka bakayashira mu ma « bibérons»,
akaba ari yo basigira abakozi bo mu nzu (abayaya) kugira baze kuyaha umwana mu
gihe bibonetse ko ashaka kwonka. Patricia wo mu ntara
ya Bubanza asanzwe akorera akazi kiwe mu gisagara ca Bujumbura. Mu myaka ine amaze yubatse ubu ni umuvyeyi w’abana
batatu. Ku bijanye no kwonsa neza umwana avuga ko bitamushobokera bivanye
n’akazi akorera kure y’urugo rwiwe. Uwo muvyeyi agira ati : « Jewe umwana ndamwonsa mu gatondo ka kare no
mw’ijoro gusa. Ku mutaga nca mpitamwo kwikama amaberebere canke nkasigira amata
umukozi aza guha umwana ». Uyo muvyeyi nyene anavuga ko atari we
gusa hari n’umukenyezi bakorana ku kazi wewe atigera yonsa na rimwe ahubwo
umwana anywa amata kubera ngo yanka ko amabere yiwe agwa. Muganga Gilbert Nibitanga, umuhinga mu bijanye n’irondoka, avuga ko ukutonsa neza umwana usivye ko atari vyiza ku mwana bituma n’abakenyezi bama batwaye imbanyi z’urutavanako. Uyo muganga agira ati: « Burya rero hari abibaza ko umugore acibaruka atosama inda. Nagire ndababwire ko inyuma y’ukwezi kumwe gusa na ho umukenyezi yoba atarongera kubona amaraso ashobora gusama iyo aranguye amabanga y’abubatse mu gihe uwo muvyeyi atonsa neza ku mwanya umwana ashakiyeko kwonka. Ivyo birashobora gutuma kandi uwo muvyeyi anahindura igihe yahora abonera ubutinyanka « Cycle menstruel« ».  « Méthode maman » Muganga Nibitanga
arongera akamenyesha ko ku bakenyezi bikama amaberebere bakayasiga biyumvira ko
ari co kimwe no kwonsa, ko atari vyo. Agira ati: « Kwonka ni igihe umwana
anunuza ibere rya nyina wiwe barikumwe. Ivyo rero turabihanura abavyeyi kuko
ubwo buryo tubwita « Méthode maman«  ni nabwo buryo ba nyokuru
bacu ba kera bakoresha kandi bwarabafasha gutandukanya imvyaro ».
Uyo muganga anavuga ko iyo umugore yonsa neza nk’uko abisabwa n’abaganga ashobora
kumara amezi 6 atarongera kubona amaraso ariko iyo adakurikiza impanuro
z’abaganga mu minsi 42 gusa ashobora kuba yamaze kubona amaraso.  Muganga Gilbert ahimiriza rero abakenyezi kugerageza kwamana n’abana baconka batararenza amezi 6 kuko ari bo baba bagikeneye ingaburo y’amaberebere gusa. Iyo babikurikije neza birafasha gutandukanya imvyaro. Ku batonsa neza, muganga Nibitanga asaba ko boca bijukira kwitura abaganga kugira babahe ubundi buryo bwo gutandukanya imvyaro atari « méthode maman ».
Umukenyezi yibungenze canke yibarutse, ni gushika ryari yemerewe kurangura amabanga y’abubatse?
Iyo
umukenyezi yibungenze akaza arava amaraso mu gihe arangura amabanga y’abubatse
ahanurwa guca abihagarika kugira imbanyi ntiveyo canke ngo yandure indwara zifatira
mu bihimba vy’irondoka nk’ama «infections». Na yo mu gihe yibarutse ngo abwirizwa kubanza kuruhuka
gushika ku minsi 42 kugira abone kwongera guhindukirira umugabo. Ivyo
bimenyeshwa na muganga Gilbert Nibitanga umuhinga mu bijanye n’irondoka(Gynécologue). Mu Burundi haracari abagabo bapfa
kurangura amabanga y’abubatse iyo abagore babo bibungenze canke bibarutse
biturutse ku mico n’imigenzo y’abarundi ibahimiriza kuguma ku mugirwa wo
gukurakuza (kurangura amabanga
y’abubatse mu gihe umukenyezi yibungenze) ngo ni ho umwana ari mu nda yokura canke uwo gukanda
umuvyeyi ngo bashaka ace akira ningonga iyo aheruka kwibaruka. B.S wo mu ntara ya Kirundo, afise
abana batanu. ku bijanya n’amabanga y’abubatse avuga ko umugore wiwe haba mu
gihe yibungenze canke yibarutse adashobora kumusinzirana, ngo akira gusa kuba
yiyumva atuguvu tumushoboza gutera akabariro. Kwiyumvira ko yoba ahohotera
umugore wiwe ivyo ntubimubaze. Agira ati: « Jewe
ntaraba umugabo nibaza ko umugore afise imbanyi atawumwabira, ariko rwanje acibungenga
abakurambere bambwiye ko hageze ko ‘nkurakuza’ kugira umwana ari mu nda akure
neza. Iwanje, umwana wa mbere yavukiye i muhira. Abavyeyi bitereye mu myaka ni
bo bamuvyaje. Bukeye abo bamwibarukije baciye bantegeka gutera akabariro ko
kumukanda kugira akire vuba. Rero ivyo kurangura amabanga y’abubatse biri mu
mico yacu».  Naho biri ukwo K.E w’i Bubanza avuga
ko n’ubwo ariko babitegekwa n’imico, kurangura amabanga mpuza bitsina
bacibaruka, baba bariko barafatwa ku nguvu. Agira ati: «Jewe iyo bishitse mba shaka gucungura aho ndara gusa
nay’ubundi mba ndiko ndakubagurwa». Abahinga mu
vy’irondoka bo babibona gute? Muganga Gilbert Nibitanga wo mu kigo Vyaruheke
kiri mu Kamenge, avuga ko ari vyiza ko umugore yibungenze yabirwa kuva agisama
gushika yibaruke ariko akabikorana ubwitonzi n’ubuhinga butamubabaza ku nda.
Ivyo akaba abivuga asigura yuko atari ugukurakuza ahubwo ari kubera ko mu
ntanga (imbuto z’umugabo) harimwo ivyo bita «prostaglandines» zituma iyo
umukenyezi yegereje kwibaruka ubwinjiriro bw’igitereko (Cole de l’utérus)
coroha, ibise bikaza vyoroshe gutyo agashobora kwibaruka neza. Mu gihe umugore
afise ikibazo naho co kuva amaraso mu gihe c’imibonano uwo muganga avuga ko
igitereko kiba kiri hafi. Ku bw’ivyo icihutirwa ni uko yoca ayihagarika vuba na
bwango kugira yirinde ko imbanyi ikoroka canke kwandura ama «infections». Ku vyo benshi bita gukanda umuvyeyi, Muganga
Nibitanga avuga ko ari bibi kuko umuvyeyi aheza kwibaruka arushe. Agira ati: « Acibaruka, igitereko kiba cuguruye,
havamwo amaraso kandi aba yakomeretse. Kuryamana na we rero kuba ari
ukumutoneka no kumukubagura. Mu buvuzi, tubaha imiti ibavura hama umugabo
tukamubwira ko arindira umugore wiwe akaruhuka igihe kingana n’amayinga 6 ni
ukuvuga iminsi 42».  Rero uwo muganga amenyesha ko abantu bohumuka bakavavanura n’imico n’imigenzo mwene iyo bakitura abaganga babinonosoye igihe cose bagize akababakira ku mabanga y’abubatse. Akemeza neza ko mu buvuzi ata na hamwe vyemewe ko umukenyezi yabirwa acibaruka kuko kumujaniranya vyotuma yanduriramwo ama «infections» canke agatwarira inda mu kiriri bigatuma haboneka abana b’intahekana.
Ndihokubwayo Yusuf
27 février 2020 at 22 h 07 min											 Vyukuri you muganga aratanze intumbero nziza.turamushimiye caaane.abandany aduha izindi mpanuro twebwe twubatse biratugora caaane gutandukanya ibihe.
Ivyamwa vyoba vyagenewe abatunzi?
Naho ivyamwa biboneka nka hose mu gihugu, kubifungura biragoye. Akenshi abahinga mu bijanye no gufungura hamwe n’abaganga barahimiriza abantu gufungura ivyamwa, ariko akenshi usanga bifungurwa n’abifise.
Fungure
n’imiburiburi ivyamwa bitanu ku munsi!
Iryo jambo turamaze kurisoma ahantu ryanditse canke turanamaze
kuryumva rivugwa. Naho usanga ivyamwa vyanzwe mu masoko yo mu
gisagara ca Bujumbura ari vyinshi, ikiguzi cavyo kirerekana neza ko
bidahangarwa n’uwo ari we wese.
Amatunda,
‘ipasiteke’, inazi, imihwi, amabungo, amavoka, ni vyo vyiganje
cane mw’isoko kwa Siyoni. Abaza gusuma ivyo vyamwa usanga ari bake
cane. Abadandaza b’ivyo vyamwa basa n’abamaze kubimenyera. Nkuko
vyemezwa n’umwe mu badandaza  ipasiteke. Agira ati: «
Abaguzi, haza imparurwa».  Uyo mudadanza avuga ko badandaza ipasiteke zikomoka mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya. Izo na zo zikaba zigurwa amafaranga y’amarundi ari hagati y’ibihumbi 7000 n’ibihumbi 10.000. Ico kiguzi mu vyukuri nta muguzi w’amikoro make yogihangara. Uyo mudandaza agira ati:«Abarimyi barima ipasiteke aha mu gihugu nta bwo bazironka buri gihe, ni yo mpamvu duhitamwo kuzironderera ahandi». Ipasiteke zirimwa ino, dushobora kuzigurisha amafaranga y’amarundi ari hagati y’ibihumbi bitatu n’ibihumbi bine.
Bigurwa
n’abifise
Izo
mparurwa z’abantu baza kutugurira ivyamwa, usanga abadandaza
baramaze kumenyana. Abo na bo babigura akenshi ni abafise inzu
z’uburiro, amahoteri(inzu z’ingenzi), abanyamahanga, abarondera
ivyamwa vyo guha abarwayi canke abana babo. Hirya yaho, muri iyo soko
nyene, hari umugore umwe yemeza ko ivyo bavuga ari vyo. Uyo mugore
avuga ko ivyamwa abigura abijana mu buriro bwiwe buri hagati mu
gisagara ca Bujumbura. Akaba abikoramwo umutobe, uruvange rw’ivyamwa
n’ ivyamwa abaguzi barenza kw’imfungurwa iyo babishatse kuko biba
bihari. Ntakangwa n’igiciro c’ivyamwa, agira ati:« ukwo
bigenda kwose ivyamwa bitegerezwa kudahara mu nzu y’uburiro bwanje
kuko birunguka». Hariumugore
akomoka mu gihugu ca Congo ari mu kiruhuko c’akazi, yariko aragura
ivyamwa ajana mu hira, we avuga ko i Burundi ivyamwa vyaho bizimbutse
gusumba iwabo muri Congo.  Kwerekana urutonde rw’ivyamwa n’ibiciro vyavyo mu bibanza bimwebimwe bisanzwe bidandarizwamwo aha mu gisagara ca Bujumbura biri mu bituma abahatumbera baba imparurwa.   Agatobe kavanze kandi koroshe usanga karonderwa n’abakeneye ibinyobwa bigereranye kandi bidakaze. Imvange y’ivyamwa bita «saugrenus» igurwa amafaranga y’amarundi ari hagati y’6.000 n’10.000, si uwo ari we wese ayihangara.
Ivyamwa
bibayabaye
Abadandaza
batembereza ivyamwa mu mabarabara batuma n’abatifise bashobora
gufungura icamwa. Baguma bazunguruka mu makaratiye bakanashika no
hagati mu gisagara ca Bujumbura bagenda bagurisha uduhiba tw’inanasi
bahimbaguye n’imihwi bashobora gutanga umwumwe. Ikiguzi gishobora
kuva kw’100 gushika ku 200 y’amafaranga y’amarundi, mu gihe
ababicururiza mu mazu usanga batavyorosha kuko ivyamwa babigurisha ku
kiro, atari ukwo, nturonka namba. Aho rero usanga ikiro c’imihwi
mitomito utegerezwa kuriha amafaranga y’amarundi angana n’1500,
hama ikiro c’imihwi myizamyiza ukariha 3000.
« Nubwo kwisiramuza bisaba gushinyiriza, birakenewe cane »
Abatari bake mu rwaruka rw’abahungu,ngo bisiramuza kubw’agakuku canke akosho, abandi na bo bakabigira kuko idini ribibategereza. Muganga Pascal Minani we, amenyesha ko ari n’uburyo bwo kugira isuku eka mbere ngo umuntu aba yikingiye ingwara zifatira mu bihimba vy’irondoka (IST) ku rugero rushika ibice 60%. Hari abo ziha
bakavuka basiramuye (abafise ubwoko bw’igitsina bita impari). Abo si bo tuvuga.
Abandi bo bavuka umutwe w’igitsina upfutse (umeze nk’uwutwikiriye), umunwa
w’igihimba c’irondoka udashobora kuboneka, kiretse ubanje gukuma umwitwikiro. Gusiramura
(kugenyera) rero, ni igikorwa gikorwa n’abaganga co gutwikurura agashishwa kaba
gapfutse umutwe w’igitsina c’umuhungu, maze bakagakata, wa mutwe wako ukava aho
wari wugaraniwe ukaja ahabona. Bamwe
ngo bisiramuza kugira bashaze Benshi mu rwaruka
rw’ubu barijukiye kwigenyereza.  Ariko ubabajije
uti kuki wahisemwo kuja kwa muganga kwisiramuza n’ukuntu bibabaza, bakubwira ngo
«Ugushaza ni ugushinyiriza». C. N, uwahoze yiga
kw’ishure ry’indaro atashimye kuvuga izina, agira ati: «Twebwe muri Lycée, udasiramuye ntiwapfa uje kutwoga mwo. Si twe
twakwirukana ariko wewe nyene uzi ko utarisiramuza, waramenya umwanya uvyukira
ugaheza ukaja kwoga n’abo muri mu mugwi umwe ». C.N yongera avuga ko,
kubera ukwo kuntu uwutarisiramuza yasa n’uwutagira ijambo mu bandi, naho yaba
afise ijunja, ngo ntiyaryogora kuko bamukekeza bikagira inzira. Ngo nta
rusasuma rw’abadasiramuye rwaba ariko mu gice gikurikira bose baza bitunganije
bakabona gugira ijambo. Erega n’abakobwa
bigana ngo haragera igihe bakabimenya. Umwigeme M.N agira ati: « Mu gice ca mbere ntawobiciye ikanda. Mu gice
gikurikira bagarutse gutangura (kuko bakunda kuza batarakira neza batambuka
batambikije). Gusa yemwe bamaze gukira, abahora batekereje, ntitwabakira.
Basigara batambuka biduzaduza nk’aho umenga batambukira ku marasoro ». Bimwe
mu vyiza biri mu kwisiramuza Muganga Pascal agira
ati: «Burya iyo karya gashishwa kagipfutse umutwe w’igitsina c’umuhungu,
akenshi hari uducafu tuguma twiyugaraniyeyo na canecane iyo umuntu adakunda
kugakumira inyuma ngo yoze neza imbere. Yisiramuje rero biba vyiza ku mvo
z’isuku. N’ingwara zifatira mu bihimba vy’irondoka (Infections sexuellement transmissibles)
aba azikingiye ku rugero rushika ibice 60%, kuko kenshi ca gishishwa ariko gakomereka
mu gihe c’amabanga y’abubatse canke umutwe w’igitsina kuko uba woroshe cane.
Uko iminsi ihaca rero umuntu yarisiramuje, ni ko akabiri k’umutwe w’igitsina
usanga kagenda karatimba ku buryo kadapfa gukomereka mu gihe c’amabanga. » Ku
myaka ingahe umuntu atarekuriwe kwisiramuza ko? Nk’uko muganga
Pascal abimenyesha, ngo kuva ndwi 2 umwana avutse gushika umuntu asaze, aba
arekuriwe kw’isiramuza kandi ntihagire ingaruka n’imwe agira. Kimwe gusa ukira
kuja kwa muganga hakaba ari ho babikorera. Hamwe n’ivyo, asaba abanyagihugu ko
batokwigera batega ugutwi umuntu n’umwe yoza abonka ugutwi ngo « kwa naka barazi
gusiramura, hogi dutwareyo abana na twebwe nyene twigenyereze », kuko
bashobora kugirirayo ibibazo bikomeye. Uwo muganga agahanura abatarigenyereza ko bosimbira kwa muganga bakabibafashamwo. Uzi ko ngo hari n’abasore bagira ubukwe, bahuye n’isugi yugaye neza neza bagakomereka bikomeye, bakabasiramura bamaze kwononekara?
«Gute uvuga ko utwakira ku buntu ariko ukadutuma kwigurira imiti  hanze» ?
Mu gihe hari abavyeyi batari bake biyabira ko bagura imiti iyo bagiye kwibaruka kandi reta yariyemereye ko bazohora bakirwa ku buntu ndetse n’abana babo bakavurwa ku buntu gushika bakwije imyaka itanu, Thadée Ndikumana, umushikiranganji w’amagara y’abantu amenyesha ko hari aho bikenerwa ko bayigura. Ariko rero, akagabisha abaganga bikika mu kiza ntibayitange kandi ihari, co kimwe n’ababesha ngo imiti yarakoze atari vyo. «Umugore wanje namutanzeko ibihumbi 30.000 aho yibaruka. Nahatswe kugwana bampaye facture. Je nibaza ko ayo mafaranga ari abaganga bayiririye kuko umukuru w’igihugu yari yararivumereye ko tuzohora twibaruka ku buntu. Erega bari banse n’ukumurekura ngo atahe. Iyo ntaronka umubanga ayangurana n’ubu ni yo aba akiri». Uwo ni Emmanuel Sinamenye aba mu Ruziba muri komine ya kanyosha iri mu ntara ya Bujumbura. Umushikiranganji w’amagara y’abantu, akagira ati :«Mu vy’ukuri abavyeyi
bibaruka ku buntu. Ariko rero hari abatabitahuye neza. Hari ingwara bishika
zikaduka abaganga bahejeje kumwakira. Muri ico gihe araheza akariha imiti
yakoresheje». Thaddée Ndikumana, amenyesha ko amafaranga arenga ibice 60% ari yo akoreshwa mu kugura imiti abavyeyi bakoresha iyo bariko baribaruka hamwe n’abana bari munsi y’iyo myaka 5. Kubw’iwe akagira ati ntakwo reta y’Uburundi itagira kuko burya nk’iyo umuvyeyi yibarutse babanje kumubaga hagenda amafaranga angana canke arenga 400.000 y’amarundi. Naho biri uko…                                                                                                            Ngo ubushikiranganji buramaze kubona, bwisunze amaraporo
buhabwa, ko hari abaganga batanga ibitigiri vy’imiti yakoze y’umurengera canke
na ho ntibaronse imiti abayigenewe, bagahitamwo
kubarungika kuyigurira hanze muri Pharmacie. Kubw’ivyo, ubushikiranganji
bukamenyesha ko bugiye kuza burabikurikiranira hafi, abaganga badashimye
kuvyubahiriza n’ugukurwa bagakurwa mu mabanga bajejwe. Nayo abajejwe gutororokanya ibiharuro ku rwego rw’intara
n’uguhinyuza ko imiti yakoze koko kandi yahawe abayigenewe, bahamagarirwa
n’ubushikiranganji  bakukira kurushizaho
kuba maso, bagakurikiranira hafi ico kibazo kugira ngo reta izohore iriha imiti
yakoreshejwe koko. Erega ngo hari abahora bashikiriza mu maraporo ko hari  abavyeyi bakiriye co kimwe n’abana kandi
vy’ukuri bitigeze bishika. Ni vyo, ngo
hari aboba bahora bareka gutanga imiti, atari kugira ngo bayigurishe
maze bishirire amafaranga mu mifuko yabo, ariko bakayihangira kugira ngo barabe
ko boteza imbere ivuriro bariko. Thaddée Ndikumana amenyesha ko ivyo batavyerewe.
Akagira ati :« Nibakoreshe
imiti ico yagenewe, Reta ntizoreka kuriha imiti ibaye yakoreshejwe mu kuri». Ariko rero,
muri rusangi, ibice70% vy’amavuriro ngo bikora neza. Tubamenyeshe ko ayo majambo yashikirijwe kuri uwu wa 30 Nzero aho umushikiranganji w’amagara y’abantu yagirisha inama abarongoye intara z’ubuvuzi mu Burundi, hamwe n’abajejwe gutororokanya ibiharuro n’ukwihweza uko imiti yagenewe abana n’abavyeyi bibabaruka ku buntu ikoreshwa, mu kigo ca INSP, i Bujumbura.
Uburundi mu nzira nziza yo gutuza ikiza ca choléra
Haraheze ikiringo cababa amezi 2 ata murwayi n’umwe yibonekeza afise ibimenyetso vy’indwara ya Choléra. Ni inyuma yaho ico kiza cibonekeje aha mu Burundi kuva mu kwezi kwa gatandatu 2019 mu ntara zitandukanye. Nkuko mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu babimenyesha ngo barashizeho ingingo zo kurwanya no kugerageza gutuza ico kiza.  Kuva mu kwezi kwa 6 kw’umwaka uheze ikiza ca choléra caribonekeje mu mihingo itandukanye y’igihugu aha twovuga nko mu ntara ya Bujumbura Mairie, Bujumbura Rural, Cibitoke n’igice gitoya ca Bubanza, aho abantu bagera kuri 1087 bashoboye gufatwa n’iyo ndwara, abashika kuri 6 na bo bakaba baritavye Imana, nkuko bishikirizwa na Jean Bosco Girukwishaka umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu. Ubukene bw’amazi meza, ukutamenya n’ukutubahiriza amabwirizwa y’isuku, ni bimwe bikunze gutuma ico kiza gifata abanyagihugu. Iyo rero ico kiza cibonekeje, abana hamwe n’abakenyezi ngo ni bo bakunze gufatwa cane kubera aribo baguma hafi y’imyanda mu gihe baba bariko barakora udukorwa two muhira. Muri ico gihe ikiza kije gishikira kuribo. Nkuko uwo muvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu abandanya abivuga. Ibiriko
birakorwa mu kurwanya ico kiza Mu ntumbero yo
kurwanya ico kiza ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwarashizeho ibigo vyama
vyiteguye kwakira uwo wese babonyeko ibimenyetso vya Choléra: « Twarashizeho ibigo, abaganga hamwe
n’ibikoresho kugira hacibonekeza umurwayi bace bamukurikirana na cane cane ko
tuzi ko iyo ndwara yica vuba na vuba kandi ikarandagata ningoga ».
Na cane cane ko mu
bitera ico kiza harimwo isuku rike mu bushikiranganji babandanya bahimiriza
abanyagihugu ko boza barakurikiza amabwiririzwa 10 y’isuku ariyo : kunywa
amazi meza, kwimba akazu ka sugumwe, kwegeraniriza iyarara mu mifuko canke
kwimba nyabarega aho bikenewe, gufundikira amazi n’ibifungurwa mu kubikingira
inkungugu n’amasazi, kuronga imfungurwa ziribwa zidatetse imbere yo kuzihereza,
kugirira isuku uburiro amasoko ubunywero n’ibindi bibanza bikoraniramwo abantu
benshi, guha umurwayi ivyo kunywa birimwo ivyunyunyu, kwirinda gukorana mu
ntoke mu gihe c’indwara ya korera hamwe no gutabariza umurwayi wa choléra mu
kumujana kwa muganga.  Nubwo biri uko m’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu baripfuza kuzoshiraho urucanco rukinga iyo ndwara ya choléra muri kazoza. Muganga Girukwishaka ati:« Nkuko vyagiye biribonekeza indwara nyinshi zariho kera nk’agasama, ibigoga n’izindi vyatujijwe igihe hagiyeho urucanco rwazo. Nico gituma n’iyi ndwara ya choléra twizeye neza ko nihajaho urucanco rwayo tuzoshobora kuyituza nkuko kw’izo zindi ndwara ».   Inkuru yatororokanijwe na Chancelle Bamuhaye, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.
Mu Burundi, imyiteguro yo kugwanya umugera wa Ebola irabandanya
Mu rugamba rwo kugwanya umugera w’indwara ya Ebola mu Burundi, harateguwe abaganga bashizwe mu bibanza 21 biri ku mbibe zegeranye n’ibihugu bibanyi, harashirwa ho ivyuma vyo gupima ibimenyetso biyiranga, harubakwa n’ikigo gishasha ku Mudubugu ku buhinga busabwa na OMS, n’ibindi vyinshi nkuko bishikirizwa na muganga Girukwishaka Jean Bosco, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu. Muganga Jean Bosco avuga ko mu vy’ukuri imyiteguro yo kugwanya Ebola ibandanya kandi ubushikiranganji n’abo bafashanya babishize mwo inguvu nyinshi kugira bashobore gukinga iyo ndwara itaribonekeza mu Burundi. Muri ivyo rero, amenyesha ko hatunganijwe neza ibibanza 21 biri ku mbibe z’intara zihereranye n’ibihugu bibanyi ari vyo Congo, Rwanda na Tanzaniya. Aho rero hakaba harashizwe abaganga babiherewe inyigisho, ibikoresho bikenewe bibafasha gupima ibijanye n’uwo mugera nka Thélémoscan, Thélémoflash, n’ibindi. Avuga kandi ko muri ivyo bibanza hanashizwe ho amazi meza n’utuzu twa surwumwe.  Iruhande y’ivyo Muganga Girukwishaka J.Bosco amenyesha ko bashize ku bitaro 21 vy’uburere vy’ubuvuzi (Hopitaux de District) babonye ko bushobora kugeramirwa  ubwa mbere ibibanza vyo kwakirira mwo uwofatwa n’iyo ndwara mu kurindira ko atwarwa mu kigo ca bigenewe cubatswe ku Mudubugu i Bubanza gikwije ibintu vyose OMS isaba. Rero ngo no muri ubwo burere bw’ubuvuzi hariho abaganga bakurikiranye inyigisho bama biteguriye ico gikorwa, ibikoresho vyose bikenewe hamwe n’imigwi ibikurikirana ku munsi ku munsi yashinzwe ku ntara ku ntara co kimwe n’umugwi ubikurikirana ku rwego rw’igihugu urongowe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu. N’inyigisho
mu barundi ziratangwa Mu gukinga uwo
mugera wa Ebola ntivyagarukiye ku gutunganya ibibanza no kwigisha abaganga gusa,
haratanzwe n’inyigisho mu bantu batandukanye bo mu buzima bw’igihugu kugira ngo
bose bashobore kumenya ibijanye n’iyo ndwara. Uwo muvugizi akavuga ko ari na co
gituma mu bibanza bihurirwa mwo n’abantu benshi bashize ho indobo zirimwo amazi
arimwo imiti kugira umuntu wese ahaciye abanze gukaraba iminwe. Agira ati: «
Ivyo vyo gukaraba iminwe ni umugenzo mu shasha waje bivuye ahanini kuri uwo
mugera w’indwara ya Ebola, kandi twipfuza ko wokwamaho kuko biri no mu
mabwirizwa y’isuku ».  Muganga Girukwishaka Jean Bosco abandanya avuga ko hariho n’inyigisho zo guhimiriza n’abanyagihugu zabaye, kandi ko hari n’izindi ziriko ziraba mu ntara 10 z’uBurundi arizo : Cibitoke, Bubanza, Bujumbura, Bujumbura Mairie, Rumonge, Makamba, Kayanza, Ngozi, Kirundo na Muyinga. Aho hose bakaba bahimirizwa kwijukira kugwanya uwo mugera wa Ebola. Mu mugambi wo gukinga no kurwanya iyo ngwara, uwo muvugizi avuga ko ibitari bike bimaze gukorwa, ariko akanamenyesha ko hari n’ibindi bitaratungana neza, nka laboratoire mobile iyo na yo ikaba ari imodoka irimwo ibikoresho vyose bikoreshwa mu gupima yoza irazunguruka  aho hose hakenewe ibipimo, ariko akanizeza ko n’iyo modoka iri mugushika, kuko muri uwo mugambi bariko barakorana n’ibanki y’isi, OMS, Unicef, OIM na PAM.
Utuzu twa surwumwe, akayobera bahinga mu gisagara
Mu gisagara ca Bujumbura haribonekeza ubukene bw’utuzu twa surwumwe mu bibanza bihuriramwo abantu benshi. N’utuhari si benshi bafise amahirwe yo kutujamwo kuko barihisha amahera... Akazu ka surwumwe kamwe kari gakwiye gusangirwa n’abantu cumi gusa kandi hakaba igice cagenewe abagabo ikindi abagore, nkuko umwe mu bahinga mu vy’isuku abivuga. Ariko ushitse mu bibanza vyinshi mu gisagara ca Bujumbura, si uko biri. N’iyo bishitse n’utwo tuzu twasurwumwe tukaba duhari kudukoresha ni ukwisopa mu mifuko: 100 canke 200 Fbu iyo bakwibonyemwo, gutyo ukabona kwiherera.    Akarorero ni ako muri Galerie Kilimandjaro twagendeye. Muvy’ukuri iki kibanza kirimwo uruja n’uruza rw’abantu isinzi. Ariko utuzu tw’ubwiherero duhari ntiturenga 4 (2 ku bakobwa na 2 ku bahungu) kandi na two nyene turihishwa 100fbu. Aho rero kuriha ntibirinda kuba uhakorera canke uvuye hanze.
Abakorera
muri ivyo bibanza babikika gute?  Vestine ni umwe mu badandariza muri Galerie Kilimandjaro. Ati: « Reka reka hari ivyo twahevye kubera ibura ry’utuzu tw’ubwihero, n’uduhari dutorezwa amahera. Kera jewe nahora ntonda nyoye amazi nkuko tubihanurwa n’abaganga ariko ubu narahevye kuko nabonye nohahombera. Nogira kuriha ayo ku mwanda muto nkashirako ayo ku mwanda mukuru, nkaba ndanajayo akarenga kabiri noba ndiko nkorera kuriha surwumwe? Eka mama ndigumya umusonga nkawurindirako gushika ntahe».   Erega uwo Vestine ashobora kwihangana gushika atashe ngo ari mu bo bigendeka. Faustin we ngo ntarabugayigwa! Uyu ni umuhungu w’imyaka 17 adandaza utumwanya ahasanzwe hakorera amashirahamwe yunguruza abantu nka za Volcano, Memento kuri Cotebu. Agira ati: « Jewe ndi umuhungu. Iyo umusonga umfashe ndihengeka ahantu nkawushora, ayo majana abiri nari gutanga nkayatoza igitumbura congera kumfata mu nda ». N’aho nyene kuri Cotebu harangwa utuzu twa surwumwe tune gusa! Rero, uravye igitigiri kinini c’abantu bahagendera ukongerako abasanzwe bahakorera, uca utahura igituma hamwe na hamwe umunuko uhamagarira kure. 4,5 mds de personnes n’ont pas de #toilettes fiables, 892 m pratiquent la défécation à l'air libre, et des millions de jeunes #filles sont privées d’école pendant leurs règles. Le 19/11 pour la #journéemondiale des toilettes, PARLONS-EN ! https://t.co/PiI2KHPnH7 #NoMoreTaboo pic.twitter.com/MKjIZ3RZrA
Ingaruka…
Muganga
Irumvira ati: «Kutikura
umusonga ni bimwe mu bitera ingwara ya infection urinaire,
ukutihangana, eka mbere n’ingwara y’amafyigo iraziramwo».
Yongerako ati: «
Iyo kwihagarika bigiriwe ahantu bitagenewe canke aho utuzu twa
surwumwe tutagirirwa isuku bikwiye, birongereza ingwara ziva kw’isuku
rike nko gucibwamwo, Cholera, Hepatite A, Typhoïde
n’izindi nyinshi».
Abakorera co kimwe n’abagendera muri ivyo bibanza barasaba ko abajejwe inyubako mu gisagara bokurikirana ko zikwije amategeko na cane cane ubwiherero butarihishwa, ubwo na bwo bukubakwa aho hose hateranira abantu nk’amasoko, ibituro vy’imiduga, amashure n’ibindi.  Mwomwenya ko mu cirwa cakozwe n’ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi (OMS) na UNICEF mu 2017, abantu barenga imiriyaridi zibiri kw’isi ata tuzu twa surwumwe bafise. Muri abo imiriyoni amajana atandatu bikurira umusonga hanze, mu ma-caniveaux, mu nzuzi n’ahandi.  Inkuru yatororokanijwe na Kathia Iradukunda, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.
Mu Burundi, abantu barenga 4 000 bararonkejwe urucanco rukinga umugera w’indwara ya Ebola
Kuva aho umugera wa Ebola wigaragarije mu gihugu ca Congo ugahitana abantu barenga 2000, harakozwe ubushakashatsi bwo gukinga ico kiza batako baratora urucanco rukinga uwo mugera wa Ebola witwa « Zaïre ». Ku bw’ivyo n’uBurundi bwarungukiye kuri urwo rucanco aho abantu bashika 4 105 biboneka ko bogeramirwa cane baruronse ku bantu 4320 bari barutegekanirijwe. Bishikirizwa na Muganga J.Bosco Girukwishaka umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu.  Ku bijanye n’urucanco rwatanzwe mu ntumbero yo gukinga Ebola, muganga Girukwishaka amenyesha yuko urwo bakoresheje rukinga uwo mugera, rwatanguye gutangwa kuva ico kiza gitanguye kwibonekeza muri Congo. Rero ngo kubera ko abantu bari batanguye gupfa ku bwinshi, ngo harakozwe ivyigwa vyinshi cane bashakisha uburyo bwo kuwukinga kugeza aho mbere ico gihe banarutanga ivyigwa vy’urwo rucanco bitarahera mu ntumbero yo kuraba ko n’imiburiburi inyungu ishobora kuba nyinshi gusumba ingaruka mbi. Ni ko kurugerageza basanga rurakinga. Nta
ngaruka mbi urwo rucanco rufise Nkuko uwo muvugizi w’ubushikirangaji bw’amagara y’abantu abandanya abivuga, ngo bari barindiriye gusa kumenya ko nk’iyo umukenyezi yibungenze canke yonsa ata ngaruka mbi zishobora kuba mu gihe yoronswa urwo rucanco. Rero ngo basanze ata kibazo rutera. Ariko amenyesha ko ivyigwa vyari vyerekanye ko uwuhawe urwo rucanco mu masaha 24 ashobora kugira ibimenyetso nk’ivyindwara ya Malaria. Ivyo na vyo ni nko kugira ingoga nke, kutamera neza mu kanwa, kumeneka umutwe, ubushuhe n’ibindi. Urwo
rucanco rwoba ruzoshikira abarundi bose? Muganga J.Bosco Girukwishaka agira ati: « Kuri urwo rucanco, ishirahamwe mpuzamakungu riraba ibijanye n’amagara y’abantu OMS ntirica rikingira abantu bose bari mu gihugu iyo ndwara yibonekejemwo ubwa mbere. Ahubwo icihutirwa ni ugukingira abantu bashobora kwandura ubwa mbere bivanye naho bari n’ivyo bakorera mu gace iyo ndwara ivugwamwo ». Akanamenyesha ko mu Burundi hahawe urucanco imigwi y’abantu bashizwe ku mbibe bajejwe gusuzuma abinjira. Abo na bo bakaba ari : abavuzi, abajejwe umutekano bagendura uruja n’uruza ku mbibe, hatibagiwe n’abakorera ku bitaro bishobora kwakira abofatwa na Ebola, abakorera ku kibuga c’indege, ku bivuko, … Muganga J.Bosco Girukwishaka aheraheza amenyesha ko ivyigwa vyakozwe vyerekana yuko abaronse urwo rucanco n’ubwo bohura n’uwugwaye Ebola atandura kandi ko rumukingira mu kiringo kingana n’umwaka umwe.
Mu bisagara vy’i Burundi, 2,5% nibo bagendana umugera wa Sida, mu misozi bakangana 0,7%
Igihe
cose kw’igenekerezo rya mbere Kigarama uko umwaka utashe, isi
irahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kugwanya umugera wa Sida,
kuva mu 1988. Mu ntumbero yo kwifatanya n’amakungu mu guhimbaza uwo
munsi, uBurundi buwuhimbaje kuri uwu wa 6 Kigarama.
Imice
ibangamiwe gusumba iyindi
Yisunze
ibiharuro vyakozwe, muganga Aimé Ndayizeye atwara umugambi ujejwe
kugwanya Sida n’izindi ngwara zica mu bihimba vy’irondoka (PNLS),
amenyesha ko mu migwi ikarirwa ari urwaruka, abakenyezi, abihereza
ibiyayuramutwe, abadandaza umubiri eka n’abashoferi bafata ingendo
(barya batwara imiduga minini minini).  Mu vyigwa vyakozwe mu mwaka wa 2013 ku bakenyezi 51 482 mu Burundi, 21,3% babo ni bo bari baranduye. Ku bagwayi bose ba Sida, mu mwaka wa 2017, 10,2% bari abihereza ibiyayuramutwe biciye mu nshinge. Nayo rusansuma yakozwe n’ikigo Isteebu mu 2016-2017, yerekanye ko urwaruka rwanduye rwashika 4,05%.
Uragamba
rwo kugwanya umugera wa sida ruraba ba nde ?
Umunyagihugu
wese arafise ico yokora mu ntumbero yo kurandurana n’imizi uwo
mugera nk’uko muganga Aimé abishikiriza. Agira ati : «
Abarongoye
amashengero, amashirahamwe yigenga, abaremeshakiyago hatibagiwe
abagendana uwo mugera nyene, bose barafise ico boterera na cane cane
biciye mu nyigisho zitangwa ».
Abamaze
kwandura babanye gute n’abakomeye ?
Audrey
Inarukundo aserukira urunani rw’urwaruka rugendana umugera wa Sida
RNJ+ avuga ko ugereranije n’uko vyari vyifashe mu myaka iheze,
vyibonekeza ko abagendana umugera wa Sida batagiciribwa umukenke
nk’aho hambere. Bariyakiriye kandi no mu kibano barabatahura.
Yongera ko ati : « Abantu
baramaze gutahura ko uwipimishije agasanga yaranduye uwo mugera adaca
aba igicibwa kandi ubuzima butaba buheze. Ivyo bikabonekera mu
bikorwa vyo kwiteza imbere badahengeshanya gukora, umwete bagira mu
kwiga amashure banarangiza bakazezwa amabanga, baranyegurutse ubu
bakaba banaremesha ibiganiro ku maradiyo ».
Naho
biri uko, ngo nta vyera ngo de. Avuga ko hari bamwe bamwe
bagikumirwa. Atanga akarorero k’umunyeshure yirukanwe bivanye n’uko
kw’ishure bumvise ko agendana umugera wa Sida. Muga bo hari icizere
ko azohava arenganurwa vuba.
Muganga
Aimé akaba yasavye umuntu wese kwijukira kwipimisha uwo mugera kuko
bituma amenya uko amagara yiwe yifashe ndetse akaronswa n’inyishu
y’izindi ngwara yoba agendana mu maraso. Agatera ivyatsi ingendo
y’abasaba amafaranga mu gupima umugera wa Sida aho yamenyesheje ko
kwipimisha bigikorwa ku buntu.
Mu Burundi, ibisata vy’abigenga bigiye guhagurukira ikibazo co gufungura nabi
Amashirahamwe y’abigenga akorera mu Burundi mu bisata vyo guhingura ingaburo agiye kuja hamwe mu ntumbero yo guteza imbere ico gisata. Vyashikirijwe na Ginette Karirekinyana icegera c’uwurongoye ikigo CFCIB aho hashigwa ho urunani ruhurikiye mwo abagwizatunga SBN (Sun Business Network Burundi) biciye mu mugwi SUN (Scaling-Up Nutrition). Akamenyesha ko ibice 53% vy’abantu mu Burundi bafungura nabi.  Kuri uyu wa 26 Munyonyo 2019, mu nyubakwa y’ihoteri Royal Palace, ikigo mpuzabikorwa c’ubudandaji n’amahinguriro co mu Burundi Cfcib, gifadikanije n’ishirahamwe mpuzamakungu PAM catunganije ibikorwa vyo gutanguza ibikorwa vy’urunani rw’abigenga mu bijanye n’ingaburo mu Burundi SBN, ubona ko gufungura nabi ari kimwe mu bihitana abana bakiri bato. Kugira Uburundi burwanye iyo ngorane, bwahise mwo guhamvya ibindi bihugu bihurikiye mu mugwi mpuzamakungu wihaye ihangiro ryo kurwanya ibijanye n’ugufungura nabi SUN. Urwo ruganda rukaba rwari rwakoranije abatumire batandukanye nka Virginia Villar Arribas, umuyobozi akongera agaserukira ishirahamwe PAM mu Burundi, Ginette Karirekinyana, icegera c’uwutwara ikigo CFCIB, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi eka n’abagwiza tunga batandukanye bafise amahinguriro y’amafi, abakora umusururu, n’abandi.  Kubera iki amashirahamwe y’abigenga? Nkuko bishikirizwa
na Touaoro Zaoro ajejwe ivyo gutsimbataza ingaburo mu bisata vyigenga mw’ishiramwe
mpuzamakungu ritanga ibifungurwa Pam, ngo haraheze imyaka irenga 10 iciyumviro
co kurwanya gufungura nabi gitanguwe biciye mu nani zikorera muri ico gisata.
Arongera akagira ati: «Vyaragaragaye ko nubwo
intererano y’ayandi mashirahamwe ari nkenerwa, igisata c’abigenga gishobora
kugira uruhara ntangere mu guteza imbere ingaburo». Uwo muhinga akabandanya
avuga ko iyo amashirahamwe yigenga akoze neza ico gikorwa kizana inyungu ku banyagihugu
mbere no kuri bo kuko abana bafunguye neza bazokora neza muri kazoza, umwimbu
ukiyongera mu gihugu.  Hari gishasha urwo runani ruzanye? Urwo runani si rwo
rwa mbere rukorera mu Burundi mu gisata c’ivy’imfunguro. Ginette karirekinyana,
icariho c’uwurongoye ikigo c’ubudandaji n’amahinguriro akorera muri ico gisata
agira ati: «Nubwo hari hasanzwe inani
zitari nke zegukira reta, abikorera utwabo na bo bipfuje gutanga intererano
yabo. Kumbure umwe wese yoba yahora abikora uko ashaka, yisunze inyungu
ziwe,ariko bagiye hamwe bazokora ibintu vyubahiriza ingingo reta yashinze eka
mbere hafatiwe no ku vyo umubiri ukenera( ingaburo yikwije)».  Ntawokekeranya ko
urwo runani rwaje ari nkenerwa. Jacqueline Segahungu na Anicet Ngiriyabagabo bari
bitavye muri urwo ruganda bamera nk’abahuriza hamwe bati: « Ubugirigiri bugira
babiri », kuja muri uru runani bizotuma umwe umwe amenyana n’abandi amenye n’ivyo
bakora eka mbere dukarishanye mu vy’ubumenyi bujanye n’uguhingura ibifungurwa. Nakare
ngo Nyamwigendako ntarimira impeshi. N’ubwo ishaka
atari ikinyegezwa intambwe iracari ndende. Shadly Habimana, umuyobozi w’ubudandaji
mw’ishirahamwe rihingura amata Natura, amenyesha ko ivyigwa vyakozwe vyerekanye
ko mu Burundi, amacupa 6 y’amata ari yo umuntu umwe yihereza ku mwaka mu gihe
mu gihugu c’uRwanda umwe afata amacupa 24 ku mwaka, na yo muri Kenya, umwe
akihereza amacupa 105. Mariane Barutwanayo, umupfasoni w’imyaka 62 yatowe ngo aserukire urunani SBN akaba yahamagariye abasanzwe bahingura ibifungurwa kuzomushigikiza ibikorwa vyabo vyiza maze batsimbataze ingaburo yikwije mu gihugu c’Uburundi.
Uburundi mu migambi yo kwihingurira imiti mu biterwa kama
Amadorari yababa 750.000 y’amanyamerika, ni yo ikigo kijejwe gushigikirana  ca  Suède (coopération suédoise), kibicishije mw’ishirahamwe ‘BioInnovate Africa programme’ kigiye gushigikiza umugambi wo guteza imbere imiti kama mu karere ka Afirika y’ubuseruko. Mu Burundi hakaba haratangujwe umushinge w’ihinguriro ryayo mbere n’ibikoresho vy’ukuyihingura bikazoba vyashitse mu mezi atatu, mu ntumbero  yo guteza imbere ico gisata. Vyemezwa na Ginette Karirekinyana, asanzwe arongoye umugambi wo kuvuza imiti y’ikirundi biciye mu ngaburo (Karire product). Ibikorwa vy’itanguzwa ku mugaragaro iyubakwa ry’iryo hinguriro ry’imiti vyatangujwe ku wa 8 Munyonyo n’umukuru w’inama nshingamateka Pascal Nyabenda, ku mutumba Ruvumvu uri mu ntara ya Bubanza, komine Bubanza. Hari abahinga bahari bokurikirana
ivy’iyo miti ? Nk’uko Karirekinyana abimenyesha, abigisha bo muri kaminuza y’Uburundi bariteguriye gufasha mu gikorwa c’ubushakashatsi gutyo iyo miti izohingurwa  mu biterwa kama izohore ikoreshwa ku rugero rwo. Eka n’ikigo
ICIPE (International Centre for Insect Physiology and Ecology) ngo caremeye
gufadikanya n’abo bigisha muri ico gikorwa c’ubushakashatsi kugira ngo iyo miti
izohore ihingurwa itagira akanenge kandi yasuzumwe ko ishobora gukiza koko
ingwara igenewe kuvura. Uko irimwa ry’ivyo biterwa
ryiteguriwe  «Ha mbamvu ya wa mugambi wo gukwiragiza igiterwa artemisia mu ntara zose  zigize igihugu c’Uburundi (artemisia=igiterwa gikinga kikanakiza ingwara ya marariya), hari n’umugambi wo kurima iyindi miti kuko burya ubutaka bw’Uburundi nka bwose bwambaye imiti ni uko benshi batabizi :Ibicuncu, icanda, imibirizi, imiravumba n’iyindi myinshi, ni ibiterwa bivura kandi bikwiragiye hose».  🔴 »Imivyaro iri hagati y’imiriyoni 5 na 10 y’igiterwa #Artemisia, gikinga kikanavura #malaria, igiye gukwiragizwa mu #Burundi« , @karirekinyana, umukuru w’ikigo ACECI (Agence Consultative en #Ethique de la Coopération Internationale)https://t.co/OE8NhQBRIn#MalariaEradication pic.twitter.com/DPIscX68Kx Karirekinyana abandanya amenyesha ko ku mahegitari 5 yaguzwe ku mutumba Ruvumvu, imwe ari yo izokwubakwa ko inyubakwa z’amahinguriro, ane asigaye nayo, abe ayo gutera mwo ibiterwa vy’imiti kama, hisunzwe uburimyi bwa kijambere.  Yongera ko ati :«Abanyagihugu na bo nyene bakwiye kwijukira kurima ivyo biterwa kuko bazohora babigurirwa aho iryo hinguriro buca ritangurira gukora». Abanyagihugu b’aho baranezejwe n’ako gakuru Paul Irankunda, aba ku musozi washinzwe
ko iryo hinguriro, arashima cane kuko ngo yahora aha agaciro gato ivy’ibiterwa
bivamwo imiti y’ikirundi ariko akaba yiboneye ko bishigikiwe. Ngo na we azokira
kumenya ubwoko bw’ibiterwa bikenerwa, ngo nta catsi kizosubira kumupfa ko
ubusa, azohora abishorera kw’iryo hinguriro,ngo azorara afunguye. Pascal Nyabenda, umukuru w’inama nshingamateka akaba ashima uwo mugambi uje guteza imbere amagara y’abanyagihugu mbere ngo azonawushigikira. Akagira ko ahamagarira abanyagihugu b’aho i Bubanza kuwutahura ubwa mbere, ubona ko abatari bake bazoharonkera ubuzi, haba kuri uwo mutumba ivyo biterwa bizoba biteye ko, eka no mu mashamba.
I Bujumbura, ikibazo co kwiyunguruza ku baraba ivy’isuku mu gisata c’ubuvuzi cakemutse
Mu gihe buri wa 15 gitugutu uko umwaka utashe hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe gukaraba iminwe n’amazi meza n’isabuni, Uburundi bwaramutse buwuhimbaza kuri uwu wa 18 ku civugo : Iminwe isukuye kuri twese. Muri iyo ntumbero nyene, Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bufashwe mu mugongo n’ishirahamwe Gavi bwatanze umuduga, amapikipiki 8, amakinga 242 ku bafasha mu gisata c’ubuvuzi, nayo UNICEF itanga indobo n’amakarato cumi cumi y’amasabuni azokoreshwa ku mashuri ari mu gisagara ca Bujumbura. Hari muri Zone Kamenge iri muri Komine Ntahangwa neza na neza kuri Nyabagere conference center, aho ibirori vyahimbarijwe bitewe iteka n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph Butore,  Thadée Ndikumana, umushikiranganji w’amagara y’abantu, n’abandi banyacubahiro batandukanye tudasize inyuma abaganga, n’abaremeshakiyago. 🔴 Kuri uwu wa 18/10, U-#Burundi bwifadikanije n'amakungu mu guhimbaza #GlobalHandwashingDay. Ibirori vyatewe iteka n'icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu, @ButoreJ ndetse n'umushikiranganji w'amagara y'abantu Thadée Ndikumana https://t.co/4ARV2RfSgS pic.twitter.com/vgMwltPZrh Bwogera ku civugo c’uwu mwaka, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwabanje kumenyesha ko gukaraba iminwe n’amazi meza n’isabuni  igihe cose imbere yo gutegura imfungurwa, imbere yo gufungura,kwonsa umwana, uhejeje gutegura umwana canke uvuye mu kazu ka surwumwe bituma umuntu yikingira indwara nyinshi. Izo nazo hakaba harimwo izo gucibwamwo, indwara zifatira mu bihimba vy’ihemero, indwara zo ku rukoba, izo mu maso, inzoka zo munda, akamangu k’inkoko hatibagiwe umugera wa Ebola n’izindi. Abagabanye n’ivyagabanywe Uwuserukira akarere k’ubuvuzi ko mu buraruko  aha mu gisagara ca Bujumbura, yagabanye  umuduga, abaserukira amavuriro  bahabwa amapikipiki 8  nayo abaremeshakiyago bose uko ari 242 bahawe umwe umwe ikinga , iterefone , mikoro , isakoshi, itara rirahura umuriro ku mishwarara y’izuba, za mpuzu  zitamenwa n’imvura, ibirato bidakangwa n’ivyondo, igitabu, n’ibindi.  Nayo amashure ari muri Mairie ya Bujumbura akaba yaronkejwe amakarato icumi cumi y’amasabuni. Kuki vyatanzwe kuri uwu
munsi ? Kuba hatanzwe ibikoresho vyo kwiyunguruza n’ibindi ku munsi wahariwe gukaraba, ntikwabaye ugutubira. Thadée Ndikumana agira ati :«Abaremeshakiyago bafise igikorwa gikomeye kuko bitanga batiziganya mu guhimiririza abanyagihugu kwirinda indwara zituruka kw’isuku rike n’izindi. Bizoborohereza rero mu gikorwa cabo, bashike iyo baja mu mwanya muto,….» Nayo ku mashure yo mu gisagara ca Bujumbura yaronkejwe amasabuni atanzwe na UNICEF, ngo bazohora bayakoresha mu gukaraba igihe cose bavuye mu tuzu twa surwumwe, imbere yo gufungura ( ku bari mu ndaro) gutyo bikingire indwara zituruka kw’isuku rike, amagara yabo arushirize kumererwa neza. Akanyamuneza kari kose ku bagabanye Espérance Irangabiye, umwe mu baremeshakiyago yagabanye yamenyeshesheje n’akamwemwe kenshi ko noneho  agiye kurushiriza gukorana umwete udasanzwe kuko ata citwazo. Yagize ati : «Terefone ndayihawe. Nkabona mu kibano hadutse nk’indwara iyobeye, buno nyene nzosimbira ku rutsinga ntabaze ba muganga. Ama inite abaye yamperanye, ikinga ndafise. Nzokangwa n’urubura nayo amama y’imvura yo nta co azontwara, impuzu ziyahana nazihawe. I muhira naho amatara azocika, jeho nzozimbwa n’izuba kuko ribaye ryabonetse ho nzokwiyamanira umuriro w’amatara mu nzu nitunganiriza amaraporo na bo abana banje biga, babonereho. None ga yemwe nobuzwa n’iki gukora nivuye inyuma , narirya nibutswe?» Thadée
Ndikumana,  umushikiranganji w’amagara y’abantu, akaba yamenyesheje ko ivyo bikoresho
bizotangwa mu gihugu cose, imodoka zose hamwe zikaba ari 18, ipikipiki 287,
amakinga 12500 nk’uko abaremeshakiyago bangana mu gihugu na birya bindi
bikoresho vyose vyadondaguwe.
Mu Burundi, ibitigiri vy’abana barwara bivuye ku gufungura nabi vyaragabanutse gushika ku bice 4% mu kiringo c’imyaka 9
Naho
hacibonekeza abana barwara indwara zituruka ku gufungura nabi, ivyo na vyo
bikaba kenshi biva ku bukene canke ku kutamenya kw‘abavyeyi kw’ukugene botegura imfungurwa,
Fidèle Nkezabahizi arongoye ikigo c‘igihugu kiraba ibijanye no gufungura neza Pronianut
(programme National de l’Alimentation et la Nutrition) avuga ko kuva mu mwaka
wa 2010 gushika 2019, ibitigiri vyagabanutse gushika ku bice 4%. « Dukoreye ku bitigiri turonka ku mwaka ku
mwaka, harabaye ihinduka ku bijanye n’abana barwara indwara ziva ku gufungura
nabi. Ivyo bikerekanwa nuko mu mwaka wa 2010 abana barwaye izo indwara bari ku
bice 58%, hama kuva
muri 2016 gushika 2017 bija kuri 56%, ariko gushika ubu bageze ku bice 54%. Ni
ukuvuga ko ibice bingana na 4% ari vyo vyagabanutse mu kiringo c’imyaka yababa
9 », nkuko bivugwa na Fidèle Nkezabahizi.  Abandanya avuga kandi ko igabanuka ry’ivyo bitigiri
ryatewe n’ihimiriza ryabaye ku bijanye n’ugupimisha abana babifashijwe n’abari
mu migwi y’abakorerabushake bazwi kw’izina ry’aba ‘mama muco’ ». Akamenyesha kandi ko intara zibangamiwe cane ari
Muyinga, Cankuzo, Ngozi, Ruyigi na Kirundo. Niyonkuru Anne Marie ajejwe igisata cakira abo bana mu
bitaro Prince Régent Charles biri mu gisagara ca Bujumbura avuga koakenshi izo ndwara zikunda guturuka ku
bukene buri mu miryango, ukutamenya no gufata ibintu minenerwe kw’abavyeyi kuko
hari abo usanga bafise ivyo bofungurira abana babo ariko bakayoberwa ingene
bobitegura neza. Akavunira akagohe abavyeyi agira ati : « Kugira umwana aronke amagara meza
ategerezwa kugaburirwa uko bikwiye mu kumuronsa ubwoko bwose bw’imfungurwa
aribwo nsanganyangaburo, ndemamubiri na ntanganguvu ». Ibiriko birakorwa… « Iyo havuzwe indwara ziva ku gufungura
nabi abenshi batahura ko mu gihugu ata mfungurwa zihari, haba namba. Ico
kumenya ni uko abarimyi bama bari ku bikorwa vyabo, gusa ikibuze ni ukumenya
uko umuntu ategerezwa gufungurira ibibondo vyiwe.  Ku bw’ivyo, turiko turakora uko dushoboye
kwose mu kugwiza ibibanza vyo gufungurira abana ku mashure (Cantines
Scolaires), kwigisha gutegura neza ibimfungurwa, guhimiriza ingo n’imiryango
kwijukira isuku kuko iyo ribaye rike n’ibifungurwa bitegurwa nabi gutyo
bigatera indwara, turanahimiriza abavyeyi kwonsa abana nkuko bikwiye, … », nkuko bishikirizwa na Fidèle Nkezabahizi.   Ariko ngo naho biri ukwo, ibikorwa vyo kugwanya
ugufungura nabi bitwara uburyo bwinshi, akaba ari na yo ntambamyi
ababikurikirana bahura. Fidèle Nkezabahizi agatumirira abantu bose gushira
inguvu hamwe kugira bigishe ibijanye no gufungura neza akizera ko nko mu mwaka
wa 2030 ibitigiri bizogabanuka gushika nko ku bice 30%.  Inkuru yatororokanijwe na Gisèle Uwimana, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.
Mu kiringo c’imyaka indwi, abarundi bashika 200 baravuwe babazwe imitima barakira
Kw’igenekerezo rya 29 Nyakanga buri mwaka, isi yose irahimbaza umunsi wahariwe umutima. Uwo munsi ushitse havurwa ibice bishika 31% vy’abantu bapfa ku mwaka bahitanwe n’indwara y’umutima kw’isi yose nkuko vyemezwa na OMS. Ku bw’ivyo, ishirahamwe « La Maison Bon Samaritain du Burundi » ryarishiriyeho umugambi ufise ihangiro ryo gufasha kuvuza abagwaye iyo ndwara. Abarwayi bamaze kubitura barenga 1000, ariko muri bo abajanwe kuvuzwa hanze bashika 200 mu kiringo c’imyaka indwi. «Nagarukiye aho rwotera izuba ariko ndashima kuba nararonse ubufasha. Maze kumenya ko ndwaye indwara y’umutima nabona ko birangiye. Nari nsigaye mbona ko mbayeho niteze gupfa gusa. Mu vy’ukuri vyarangoye kwakira. Jewe navutse nkomeye nkunda gukina agapira no kwiruka, mu mpera z’umwaka wa 2013 ni ho natangura kugira ikibazo co guhema neza, nkakorora eka bitinda birakomera. Narivuje henshi bambwira ko nkomeye nanduruka nja kwipimisha umutima. Hari mu 2015 aho muganga Jolis ambwira ko kabaye, ndwaye umutima. Nahatswe guta ubwenge. Ariko akoranye n’ishirahamwe «  Maison Bon Samaritain  du Burundi », baramfashije ndajanwa kuvurwa muri Sudani i Khartoum, mu mpera z’umwaka wa 2016. Narabazwe umutima barasanasana uturingoti dukwiragiza amaraso mu mubiri (valves). Ubu narakize, mbayeho nk’abandi. Nta na kimwe nabujijwe kubw’indwara navuwe». Iyo ni intahe ya Annicet Ndarubonye, aba ku Mutakura.  Nkuko Butoyi Alexis arongoye ishirahamwe « Maison Bon Samaritain du Burundi » abimenyesha, indwara y’umutima bafasha mu buvuzi ziri mu buryo bubiri. Hari iyo umwana avukana (Cardiopathies congénitales), iyi rero ngo umwana avuka umutima wuguruye. Hakaba n’iyindi bita Cardiopathies Rhumatismales iba yatewe na angine itavuwe canke yavuwe nabi, hama igaheza ikonona uturingoti dukwiragiza amaraso mu mubiri, hama bagaheza bakamubaga bagasubiriza utwononekaye canke bakadusanasana.  Butoyi agira ati: « Ico dufasha twebwe, twakira abagwayi abaganga b’umutima baturungikiye, kuko dukorana na bo. Turakira abana baba bavukanye iyo ndwara b’imyaka iri munsi ya 15 bakeneye kubarwa umutima, tugaca tubaronderera ababavura ku buntu mu bihugu vya buraya, nko mu bu Faransa, mu Bubirigi, mu bu Tariyano, tukabaronderera imiryango izobakira, n’abaza ku batora. Abawugwara bakuze na bo bivuye kuri angine itavuwe canke yavuwe ntikire, twakira abari munsi y’imyaka 50, n’abo turabaronderera ababavura ku buntu, abo na bo bavurirwa mu gihugu ca Sudani i Khartoum».   Igitigiri c’abamaze kwakirwa  Alexis amenyesha ko ico gikorwa bagitanguye mu mwaka wa 2012. Muri iyi myaka yababa 7 bakora, bamaze kwakira abagwayi barenga igihumbi, muri bo abashika 200 ni bo bamaze kuvugwa babazwe umutima kandi barakira neza. Akavuga ko abamaze gufashwa ari bake kuko ngo benshi ari abapfa kubera bataba baronse uburyo bwo kuja kwivuza hanze. Agira ati: « Ku mwaka turakira abashika 100, nk’akarorero mu mwaka uheze twarakiriye 120 tukaba twashoboye kuvuza abashika 30, dufasha abari hagati ya 30 na 40 ku mwaka». Nkuko Butoyi abivuga, abagwayi babakorera ibikenewe vyose : kubaronderera
ababafasha ku buntu, kuronka amatike y’indege n’ibindi. N’iyo bamaze gushika
iyo bavurirwa, ngo baguma babakurikirana. Ariko muri ico gikorwa ngo hari
benshi babemerera kuvura ku buntu abo borungika hanze, mugabo iyo baba bariko
bararondera uburyo bwo kujanwa, amahera arabura, ugasanga umurwayi yaremerewe
kuvurwa ariko bikanka ko ajayo akandukiramwo gupfa kubw’ubukene. Kuko buri mu
gwayi basanga bakeneye amafaranga ari hagati y’imiriyoni 3 na 4. Igice kinini
kikaba ari ico kumurihira itike y’indege. Hokorwa
iki ? Ku bwa Butoyi, uburyo bwo kwirinda iyo ndwara ni ukugira isuku, umuntu
akivuza hakiri kare, kuko cane cane iyo cardiopathie iterwa na angine. Bishitse
umuntu agasanga arayirwaye akaja kumiti bisabwa ko ayimara kuko iyo abazwe
agahindurirwa uturingoti (valves) aca aja ku miti ubuzima bwiwe bwose.  Kubera ko iyo ndwara isa n’iyititaweho gose mu gihugu, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwari bukwiye kugira igisata kiyiraba bagafashanya n’ishirahamwe ‘Bon Samaritain’ hamwe n’abaganga bavura umutima, kugira barabe ingene abahitanwa n’iyo ndwara bogabanuka. Muri ico gihe, boheza bakanarabira hamwe ivyokorwa kuko ngo benshi baza bamaze gusinzikara biturutse ku bukene bw’abahinga mu gihugu naho nyene abenshi bibereye i Bujumbura kiretse uwuri i Karusi, n’i Ngozi. Ivyo rero bigatuma abantu benshi batamenya ivyo barwaye kubera ko ata baganga bashobora kwemeza iyo ndwara bari ku mavuriro menshi.   Twibutse yuko mu kiganiro catanzwe  n’abaganga bavura indwara z’umutima  mu Burundi kuri uwu wa 20 Nyakanga, Dr Constantin Nyamuzangura yagarutse  kuri zimwe mu ntambamyi bahura nazo:– Abaganga bavura umutima ni 12 gusa mu Burundi, ibice 80 bakorera i Bujumbura, abandi bari i Ngozi n’i Karusi.– Haracari ingorane y’imiti myiza idahari, ibipimo bimwebimwe vyo mu maraso bitegerezwa gukorwa, ariko bitaboneka kubera bizimvye, ikibazo c’ubushakashatsi hamwe n’ic’ugutanga ibiharuro vy’abagwayi n’abo zihitana ku rugero rw’igihugu cose (recensement)
« Abaganga bavura indwara z’umutima ni 12 mu Burundi, hafi bose bagakorera i Bujumbura »
Indwara z’amaraso avura mu mitsi (« thromboembolie ») zirica abantu benshi cane mu Burundi, biturutse ku kuntu zititaweho bikwiye kugira zishobore gukingwa, kuvugwa, canke kumenyeshwa abantu kugira bazirinde. Vyashikirijwe n’abaganga bavura indwara z’umutima mu Burundi kuri uwu wa 20 Nyakanga 2019, kuri Royal Palace Hotel. Nk’uko muganga Constantin Nyamuzangura arongoye umugwi w’abaganga bavura indwara z’umutima abivuga, ngo indwara z’amaraso avura mu mitsi zama zahitanye abantu benshi ntibamenye ikibishe. Ivyo rero ngo bikaba biva ku kuntu izo ndwara zititwararitswe mu Burundi ku buryo usanga benshi batazi ingene ifata n’ico ivako. Ni muri iyo ntumbero umugwi w’abaganga bavura izo ndwara watunganije ikoraniro rigira gatatu ku civugo: « Indwara z’amaraso avura mu mitsi », kugira basabe ubushikiranganji bw’amagara y’abantu n’ishirahamwe mpuzamakungu OMS gushigikira ibikorwa vyo kuvura no kumenyekanisha mu bantu ibijanye n’iyo ndwara.    Muganga Nyamuzangura yaboneyeho akaryo ko kumenyesha intandaro y’iyo ndwara iziba imitsi y’abantu, aho yagize ati: « Cane cane izo ndwara zihera mu maguru. Ugasanga nk’ukuguru kumwe kurashushe, kukababara cane, nya maraso avuze mu mitsi akaduga mu mutima agatuma uhagarara gutera. Ahanini rero ziva ku mvune, canke nk’iyo umuntu bamubaze. Zirava kandi ku kutinonora imitsi mu gihe umuntu aba amaze umwanya munini aryamye, yicaye canke ahagaze, eka mbere iranava no ku binini bimwebimwe abagore bakunda gufata iyo bashaka gutandukanya imvyaro ».    Uno muganga avurira ku bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge avuga ko iyo ndwara umuntu ashobora kuyirinda mu kunonora imitsi nko kugendagenda aha na hariya, kwiruka n’ibindi. Na yo kuboba bayigwaye ngo hari abaganga bake basanzwe ari abahinga muri vyo. Barabapima bakaraba imitsi yo ku maguru amaraso yayivuriyemwo, hanyuma bagaheza bagatanga imiti baba bafise yo kuyizibura. Hariho n’ibindi baca babambika bimeze nk’amashesheti. Ariko naho biri uko, ngo haracariho ingorane ijanye no gukurikirana ben’izo ndwara.
Intambamyi
Intambamyi zibonekeza ziri mu buryo bune ari bwo: kumenya iyo ndwara, kuyipima, gutanga imiti, no ku bayivura. Muganga Nyamuzangura agira ati: « Kugeza ubu abaganga bavura indwara z’umutima turi 12 gusa, muri ico gitigiri nyene, ibice birenga 80% bakorera i Bujumbura, abasigaye na bo bari i Ngozi. Mu gupima iyo ndwara dusanzwe dukoresha ´échographie´, iyo na yo nta handi iri atari ku mugwa mukuru w’ubutunzi. Ahandi hose hasigaye, bataje aho ivyo bipimo bikorerwa, ntibayitora ahubwo baguma bayikeka gusa ». Si ivyo gusa Muganga Nyamuzangura abandanya amenyesha ko bagifise ingorane y’imiti myiza idahari, ibipimo bimwebimwe vyo mu maraso bitegerezwa gukorwa, ariko bitaboneka kubera bizimvye, ikibazo c’ubushakashatsi hamwe n’ic’ugutanga ibiharuro vy’abagwayi n’abo zihitana ku rugero rw’igihugu cose.
Muganga
Nyamuzangura akaba yarangije asaba ko izo ndwara zikwiye gushirwa mu
kibanza ca mbere nk’uko biri mu bindi bihugu. Agasaba rero ko
ubushikiranganji bubijejwe mu Burundi hamwe n’ishirahamwe
mpuzamakungu OMS, vyofasha mu kubaronsa uburyo bw’ibikenewe
nk’imiti myiza, ibipimo, … Hakaba ho n’ihimiriza ku bantu bose
kugira bamenye ibijanye n’izo ndwara. Hejuru y’ivyo, kubera ko
igisata c’ubuvuzi kirimwo ibintu vyinshi bihindagurika, abaganga
bakwiye kwama bakarishirizwa ubwenge. "🎯 Objectif de la @sbcburundi: relever les défis de traitement adéquat des maladies cardio-vasculaires en renforçant la prévention,la prise en charge clinique de ses pathologies, la recherche et la formation médicale au #Burundi", Dr Constantin Nyamuzangura, président de la  SBC pic.twitter.com/jjVO7namm1
Igiterwa « Artemisia » gikinga kikanavura indwara ya marariya kigiye gukwiragizwa mu Burundi
Mu mezi 2 ari imbere, imivyaro y’igiterwa « Artemisia » iri hagati y’imiriyoni 5 na 10 izoba imaze gukwiragizwa mu gihugu nk’uko Ginette Karirekinyana, umukuru w’ikigo ACECI (Agence Consultative en Ethique de la Coopération Internationale) mu Burundi, yabimenyesheje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.  Muri ico kiganiro
yaboneyeho akaryo ko kumenyesha akamaro k’ico giterwa aho yavuga ko ugifashe
utaragwara uba uriko urikingira indwara ya marariya, mu gihe ugwaye naho ukaba
uriko urayivura. Kurandurana n’imizi iyo ndwara mu Burundi, ngo ni ryo shingiro
ry’ikwiragizwa ry’ico giterwa mu ntara zose z’igihugu c’uburundi. Ico giterwa
kikaba citezwemwo urukiza aho indwara ya marariya izoba umugani mu gihugu. Mu kurondera guha
agaciro ico giterwa ndetse no kukigwiza mu Burundi, na reta y’Uburundi ngo
ntireze amaboko. Karirekinyana amenyesha ko bigiye kuzoterwa no ku mitumba muri
wa mugambi w’igihugu « Ewe Burundi Urambaye»
ndetse hanakwiragizwe n’uturima two gukurizamwo imivyaro (pépinière). Uwo
muti utegurwa gute?                   Nk’uko
Karirekinyana abimenyesha, ngo umuntu aracacura ico giterwa agateka amababi
hamwe n’umutumba waco. Araheza akanikira ivyo bihimba vyacacuwe bugingo bimaze
kwuma agaheza akabisya. Agafu kabivuyemwo ngo karashobora gushingurwa maze
umuntu akazoza arikoreshereza gakegake anywa kurya kw’akayi. Urugero? Aho ku miti
y’ikizungu vyari bimenyerewe ko unyoye mwinshi ariho ugira ingorane, umukuru
w’ikigo ACECI amenyesha ko kuri « Artemisia
ho  ufashe muke ariho bigukomerana.
Asigura ko ufashe muke uba usa n’uko uriko urarika umubiri wawe mu kuwuronsa
umuti udakwiye kandi uca umenyera ukwo. Amagarama 5
y’agafu niyo ashirwa mw’iteremusi ipima iritiro imwe y’amazi, ari nayo kire ku
muntu umwe kandi ku munsi umwe. Ni ukuvuga akayiko gato, mu gihe ataragwara
ariko amaze kugwara afata ikiyiko kinini. Naho biri uko, gushiramwo amagarama
10 canke 15 ngo ntaco vyonona uretse ko bikiza ningoga. Yamara atanu (5g)  ku bantu 2 canke barenga , bizana ingaruka.
Icitonderwa, ngo nta sukari umuntu ashiramwo ariko arashobora kuvanga na
tangawizi kugirango akarure kagabanuke. Ico kiganiro kikaba cabaye mu gihe umushikiranganji w’amagara y’abantu  Thadée Ndikumana yaheruka kumenyesha ko igisata c’ubuvuzi bw’imiti y’ikirundi kigiye kuzoshigikirwa mu kuronswa igikoresho gipima urugezo rw’umuti ndetse n’inyigisho muri ivyo bikorwa. Twokwibutsa kandi ko uwo mushikirangaji yari yashikirije ko gushika mu kwa gatandatu, hafi abantu bangana imiriyoni 4,4 aribo bari bamaze gufatwa na marariya.
Clovis
27 avril 2020 at 12 h 52 min											 Bonjour
Comment vous voir ici à Bujumbura pour avoir vos produit? Clovis
Ubumwe bw’ibihugu vya Buraya mu rugamba rwo gukinga umugera wa Ebola mu Burundi
Bubicishije mw’ishirahamwe mpuzamakungu rikurikirana
amagara y’abantu kw’isi OMS, Ubumwe bw’ibihugu vya Buraya bwatanze kuri uwu wa
3 Nyakanga imfashanyo y’amahera angana n’ibihumbi 465 000 vy’amanyaburaya, mu
ntumbero yo gushigikira umugambi w’igihugu wo gukinga umugera w’indwara ya
Ebola mu Burundi. Kuva aho umugera w’indwara ya Ebola wibonekereje mu gihugu kibanyi ca Congo, Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Burundi ntibwareze amaboko nk’uko Thadée Ndikumana aramutswa ubwo bushikiranganji avyemeza. Vyinshi vyarakozwe ari nk’incanco, mu ntumbero yo gukinga ko urandagata ugashika no mu Burundi. Muri iyo ntumbero, ubumwe bw’ibihugu vya Buraya (UE) bwaraye butanze intererano ingana n’ibihumbi 465 000 vy’amanyaburaya ku Burundi kugira ngo ubutegetsi n’amashirahamwe agarukira ku bantu yo mu gihugu ashobore gukomeza ingingo zafashwe na Reta zo gukinga ico kiza. Iyo ntererano yongeye gutangwa n’ubumwe bwa Buraya ikaba izoshikirizwa biciye mw’ishirahamwe mpuzamakungu riraba amagara y’abantu OMS maze ikazosahiriza mu kwongereza uburyo n’ubuhinga bwahora bukoreshwa ku mavuriro yo mu Burundi ari mu karere kegeranye n’umupaka w’igihugu ca Congo.   M.
Christos Stylianides umukomiseri ajejwe igisata co kugarukira ku bantu bari mu
bibazo hamwe no gukinga ibiza, akaba n’umuhuzabikorwa mu muryango w’ubumwe bwa
Buraya ku bijanye n’ico kiza agira ati:«kugira
tugwanye neza umugera w’indwara ya Ebola, ntidukwiye kugira umwitwarariko wo kuvura
abamaze kuwandura bo muri Congo gusa. Ahubwo nyabuna dutegerezwa no gushira
inguvu mu bikorwa vyo kuwukinga kugira ntuhave urandagata no mu bihugu bihana
imbibe, nk’Uburundi ». Yongerako ati:«
ubumwe bwa Buraya burashigikiye ingingo ziriko zirashirwa mu ngiro canecane izijanye
no kugenzura uruja n’uruza rubera ku mipaka, gukinga hamwe no gupima umugera wa
Ebola».  Hoba
hari uwumaze gutorwa umugera wa Ebola mu Burundi? Mu vy’ukuri nta muntu n’umwe mu Burundi aremezwa ko yatowe umugera wa Ebola. Ariko kuva aho ishirahamwe mpuzamakungu OMS ritangarije ko uwo mugera woba ugeze mu buseruko bw’igihugu ca Congo (hari mu kwezi kwa Mukakaro kw’uwu mwaka), Uburundi bwaciye bugwiza inguvu zo kwikingira. Ni muri iyo ntumbero ishirahamwe GAVI (Alliance du Vaccin), ribicishije muri OMS, ryatanze urucanco rukinga Ebola ku bakozi 1000 bo ku mavuriro, bigaragara ko yogeramirwa cane  iyo ndwara iramutse yinjiye. Urwo rucanco rukaba ruguma rutangwa, aho bitegekanijwe ko ruzohabwa abashika 4320. Ku bw’iyo ntererano yatanzwe na UE, Dr. Walter Kazadi Mulombo arongoye OMS mu Burundi agira ati:«kw’izina ry’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ibijanye n’amagara y’abantu OMS, ndashimira umuryango w’ubumwe bwa Buraya kuri iyi ntererano bwongeye gutanga, hamwe n’icizere bwagiriye OMS kugira ngo ibandanye ifasha mu kugwanya no gukinga umugera w’indwara ya Ebola mu Burundi. Ni intererano ije hageze». OMS
rero hamwe n’ayandi mashiramamwe afasha Uburundi muri uwo mugambi nka UNICEF,
FNUAP,.. abandanya yerekana ko ari imboneza mu gukurikirana ishirwa mu ngiro
ry’ingingo zo gukinga Ebola. Aho na ho hakaba harimwo ibijanye n’ugutanga
ibikoresho bikenewe kubw’uwo mugambi ku mavuriro, ukugenzura uruja n’uruza rubera
ku mipaka, ukwigisha abantu ingene bo kwikingira, ingene boshobora gukurikirana
umuntu iyo yiketswe ko agwaye eka hatanashizwe inyuma inyigisho zijanye n’ubuhinga
bufatiye ku gufubana iteka uwahitanywe na Ebola hakoreshejwe uburyo butandukiza
abandi.  Nk’uko bishikirizwa na OMS, uwo mugera wa Ebola wibonekeje muri congo mu kwezi kwa Myandagaro kw’umwaka uheze. Inyuma y’amezi 13 gusa aheze, umaze gushika mu ntara zitatu z’ico gihugu: Nord-Kivu, Ituri na Sud-Kivu. Ku bantu bababa 3000 banduye, abashika 2000 baramaze kwitaba Imana.
Woba uzi ibimaze gukorwa mu kugwanya malaria, Ebola na korera mu Burundi?
« Abantu bapfa
bahitanwe n’indwara ya malaria baragabanutse gushika ku rugero rurenga ibice
50%, umugera w’indwara ya Ebola wahagurukiwe bikwiye, eka n’abantu 235 bari
bagwaye ikiza c’indwara ya korera baravuwe barakira. Ivyo na vyo bikaba
vyashobotse kubera ingingo zafashwe n’ubushikiranganji bw’amagara yabantu yo
gupima no kuvura abenegihugu ku buntu« .
Vyashikirijwe na Thaddée Ndikumana umushikiranganji w’amagara y’abantu no
kurwanya Sida. Kw’igenekerezo rya 27 myandagaro, mu ngoro yʹinama nshingamateka mu kigobe, umushikirangaji w’amagara y’abantu Thaddée Ndikumana yari aramutse yishura ku bibazo vyabajijwe n’abashingamateka. Ivyo n’avyo ahanini bikaba vyari bijanye naho ubushikiranganji arongoye bugejeje ibikorwa vyo gukinga no kuvura indwara zibangamiye amagara y’abarundi. Zimwe mu ndwara yagarutseko cane akaba ari indwara ya malaria, umugera w’indwara ya Ebola hamwe na korera. Izo ndwara rero ngo nkuko zibangamiye amagara y’abatu, zaranahagurukiwe kugira ziranduranwe n’imizi mu bice vyose vy’igihugu na canecane aho zivugwa cane. Nk’uko
bishikirizwa na Thaddée Ndikumana, ngo muri aya mezi ane haragaragaye igitigiri
kinini c’abitura amavuriro kubera indwara ya malaria na canecane mu karere
k’Uburaruko,Ubuseruko no mu karere ko hagati mu gihugu. Ivyo bikaba vyari
vyavuye kw’ihindagurika ry’ibihe, aho imibu yari imenyerewe mu kiyaya c’imbo yashoboye
no kugaragara mu ntara za ruguru. Kubw’ivyo, ngo ubushikiranganji bw’amagara
y’abantu bwaciye bufata ingingo ruhasha kugira iyo ndwara igabanuke canke ngo
ihere burundu. Thaddée Ndikumana avuga ko baciye bakorana na Reta. Agira ati: ” Reta yatanze amafaranga angana n’imiriyoni 500. Natwe twaciye dutanga akazi ku baganga 360 batari bafise aho bakora. Abo rero baciye basanga abanyagihugu muhira kugira babapime bongere bavure abasanze bagwaye malaria”. Amenyesha kandi ko inyuma yaho, baciye baja mu bikorwa vyo gupompa akarere k’ubuvuzi ka Buye na Muyinga. Aho naho ngo harangwa imibu mu mihana, mu biharage bimbuye eka no mu mashamba yaba akikije ingo. Hambavu yʹivyo, ngo haranatanzwe imisegetera irimwo umuti wica imibu.  Agira ati:” Ku bw’ivyo bikorwa vyose twakoze, vyatumye ibitigiri vy’abitaba Imana bahitanywe na malaria bagabanuka gushika ku bice birenga 50% tugereranije no mu mwaka wa 2017”. Hakozwe iki ku bijanye no gukinga
umugera w’indwara ya Ebola na korera? Nk’uko bishikirizwa na Thaddée Ndikumana, ngo barazanye incanco 2.000 zo gukinga umugera w’indwara ya Ebola. Izo na zo ngo zabanje guhabwa abo bose bakorana hafi n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu. Abo na bo ni nk’abaganga, abapolisi bakora mu gisata kijwe imbibe nʹuruja nʹuruza, hamwe n’imigwi y’abapolisi n’abasirikare. Kandi hari ho ivyuma nʹabaganga bashobora gupima umugera w’indwara ya Ebola. Bishitse hakaboneka uwuwugwaye, ngo hariho abandi baganga bajejwe ku mwitaho gushika akize. Hamwe atokira na ho ngo hari ho n’abandi bajejwe ku mufubana iteka bavyize neza bakabikora kuburyo bukingira abenegihugu. Ikindi kandi ngo kubera ko muri Congo habonetse umuti uvura Ebola watowe n’umushakashatsi Muyembe, ngo Uburundi buriko burakorana neza n’igihugu ca Congo na canecane Sud-Kivu, kugira ivyo batoye babonye bibafasha bace babishikana mu Burundi kugira abarundi bakingigwe hakiri kare. 🔴 Ugiye kwipima ubwawe umugera wa #Sida n’igipimo ‘Oraquick’ https://t.co/YVbTuoVyXbUbushikiranganji bw’#amagara y’abantu bugiye gukwiragiza ico gipimo #Oraquick mu ntara zose z'U-#Burundi: mu kugikoresha, uwipima agitembereza ku bigunugunu pic.twitter.com/9dekn1shAL Kubijanye
n’ikiza ca Korera, Thadée, avuga ko abantu bashika 235 batowe indwara yikiza
c’indwara ya korera, benshi bari abo mu gisagara ca Bujumbura no mu Rugombo
ariko ngo baravuwe barakira. Ivyo bikaba vyashobotse kubera haciye hatangwa
imiti ku buntu ivura iyo ndwara. Ariko kandi ngo hariko haraba n’ihimiriza ku
benegihugu ryo kwijukira isuku na canecane mu bibanza bihurirwamwo n’abantu benshi
hatibagiwe no kwijukira gukoresha utuzu twa surwumwe kuko vyagaragaye ko iyo
ndwara ituruka ku micafu usanga ikwiragiye mu makaritiye. Kubera
ko amagara ari nk’amazi aseseka ntibayore, Thadée Ndikumana avuga ko abenegihugu
bakwiye kwumva no gukurikiza impanuro bahabwa n’abaganga eka mbere n’abo bose
bakorana n’abo kugira mu ntumbero yo gushigikira ingingo n’imyitwarariko iriko
irakorwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu yo kugwanya no gukinga indwara
zibangamiye amagara y’abantu.
Ugiye kwipima ubwawe umugera wa Sida n’igipimo ‘Oraquick’
Inyuma
y’aho bigaragariye ko hakiri abanyagihugu batinya kuja ku mavuriro
kwipimisha umugera wa Sida, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu
mu mugambi wabwo w’ukugwanya ikiza ruhonyanganda Sida, bugiye
gukwiragiza ibipimo ‘Oraquick’ mu ntara zose, aho umuntu we nyene
agomvye azogitahana akipimira i muhira hanyuma akakigarukana.
Haraheze imyaka yababa 4 ibipimo birenga 10.000 vyo mu bwoko bwa ‘oraquick’ bikoreshwa mu kwipima umugera wa sida bishitse mu Burundi, nk’uko muganga Aimé Ndayizeye arongoye umugambi w’igihugu ujejwe kugwanya ikiza Sida n’indwara ziciye mu bihimba vy’irondoka PNLS (Programme National de lutte contre le Sida) abimenyesha. Naho haheze iyo myaka yose, ivyo bipimo ntivyari vyatanzwe mu ntara zose z’igihugu. Ngozi, Kayanza na Bujumbura ni zo ntara zonyene ubwo buryo bwari bwatanguye gukoreramwo. Ni ho rero vyibonekeza ko hariho abakunda kwipima gusumba gupimwa maze higwa umugambi wo kubikwiragiza ku mavuriro yose yo mu gihugu, mu ntumbero yo kurindura abatinya kuja kwipimisha umugera wa Sida.  Ivyo
bipimo vyagenewe bose ?
Si bose. Nk’uko muganga Aimé abimenyesha, ivyo bipimo vyagenewe imigwi y’abantu bigora kuja kwipimishiriza kwa muganga, aha hovugwa nk’abadandaza umubiri, imigwi y’urwaruka rufise ivyo ruhuriramwo kenshi, … kubera ko usanga baba batinya kubonwa n’abantu, ubona ko kw’ivuriro hatabura abashitsi. Uwuri muri uwo mugwi wese rero azoba yipfuza kwipima ngo azosimbira kw’ivuriro rimwegereye maze asabe umuganga ico gipimo, agitahane yipime hanyuma akigarukane. Asanze yaranduye, muri ico gihe umuganga azoca asubiramwo kumupima kugira ngo yemeze ko arwaye hanyuma amutekerere impanuro ndetse n’imiti yo gupfupfahaza azobandanya afata. Haratanzwe
inyigisho z’ikoreshwa ry’ico gipimo? Uwo
muyobozi wa PNLS avuga ko zatanzwe. Nk’uko abisigura, izo nyigisho
zihabwa abo bita aba ‘Père
éducateurs’ mu migwi yose iba yiketswe ko bitorohera kuja
kwipimisha. Abo rero bagatorwa nko mu badandaji b’umubiri canke mu
bandi bose bafise ibikorwa bahuriramwo. Abo ba ‘peres éducateurs’
ngo baraheza bagahabwa izo nyigisho ubwa mbere kugira ngo baze
barigisha abandi bo bubahukana kandi bashikirana vyoroshe kandi bari
mu runganwe. Yumvise uwukeneye ico gipimo rero araheza agasimbira kwa
muganga akakimuzanira, akipima abifashijwemwo n’umuntu yihitiyemwo
we nyene yizeye, ari nk’umufasha wiwe canke uwundi.   Mu
gukoresha ico gipimo rero, uwipima agitembereza ku bigunugunu (
hejuru y’ahateye amenyo y’imbere), munsi y’umunwa wo hejuru.
Ahejeje kiraheza kikamuha inyishu. Gifise ikiyo gito ku ruhande.
Cakije akamuri kamwe hejuru uba ugikomeye. Cakiriza utumuri tubiri
twose icarimwe naho  kikaba kikumenyesheje ko wanduye. Muganga
Ndayizeye akamenyesha ko ubwo buryo bwo kwipima buje gusahiriza
ubundi bwahahora bwo gupimirwa kwa muganga. Ubwo rero bukazofasha
cane kuko buzotuma abo bose bahora bagumirwa n’ugushika ku mavuriro
kubw’impamvu iyi canke iriya boroherwa ndetse bamenye n’uko
amagara yabo yifashe gutyo bafate imiti, ntibabe bagikwiragiza
umugera mu kuwanduza abandi.
Imyiteguro yo gukinga ikiza ca Ebola mu Burundi igeze hehe?
Mu gihe indwara ya Ebola isa n’iyibangamiye igihugu kibanyi ca Congo, kuri uwu wa 20 myandagaro, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’Uburundi yazindutse agendera ibibanza bimwebimwe mu ntumbero yo kuraba aho igihugu kigeze citegurira gukinga ico kiza. Aho ni  mu gihe horamuka havuzwe umuntu yoba yinjiye ku butaka bw’Uburundi canke umurundi yoba ari mu gihugu afise uwo mugera w’indwara ya Ebola. Joseph Butore yatanguriye urugendo mu Gatumba ku mupaka w’Uburundi na Congo, ari kumwe na bamwe mu baserukiye amashirahamwe mpuzamakungu nka UNICEF, OMS, PAM na OIM. Ico kibanza ni kimwe mu vyikekwa ko ariho umugera wa Ebola ushobora kwinjirana. Amaze kuhashika, Joseph Butore yasanze abahajejwe na cane cane abakozi bo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu,  barahashize ibikarabiro bibiri birimwo amazi arimwo imiti yica imigera ya Ebola. Uwuhaciye wese arinda gukaraba iminwe. Si ivyo gusa barahazanye n’igipimo c’ubushuhe mu ntumbero yo kuraba zaba ingenzi canke abarundi, abafise ubushuhe burenze kugira bace bajanwa gusuzumwa. Joseph Butore, akaba yaciye abandaniriza mu kigo co muri INSP ( Institut National de la Santé Publique), ahari ibikoresho vyose bikenewe mu gupima umuntu wese azoba yerekana ibimenyetso vy’umugera wa Ebola. Ivyo bipimo navyo bizoheza vyerekane ko uwo muntu afise ingwara ya ebola canke akomeye. Avuye mu kigo co muri INSP, Joseph Butore yaciye  aja ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye. Uwushitse wese kuri ico kibuga asanganizwa imiti yo gukaraba mu minwe. Ahejeje aca imbere y’icuma gipima ko adafise ubushuhe burenza ibice 38 (°C). Umwe mu bakozi bo mu gisata gikinga Ebola aho ku kibuga c’indege, amenyesha ko biteguye bihagije, kuko hari na rusehabaniha yo kurerura umuntu wese yokwerekana ibimenyetso vya Ebola. Inyuma yo kuva aho ku kibuga c’indege, Joseph Butore yasozerereye urugendo rwiwe ku Mudubugu muri komine Gihanga, i Bubanza ahari ikigo cubatswe na OMS. Ico naco kikaba kizokwakira kikongera kikavura abo vyogaragara ko bafise umugera w’indwara ya Ebola. Aho na ho hakaba hari ivyumba vyo kubataramuriramwo, baba ab’igitsina kobwa canke hungu. Aho ku Mudubugu hakaba hariko haranatangirwa urucanco rukinga umugera wa Ebola ku bantu bogeramirwa cane gusumvya abandi mu gihe vyoshika iyo ndwara ikinjira. Ivyavuye mu rugendo Joseph Butore avuga ko hakiri hamwehamwe bisabwa ko hongerezwa inguvu n’uburyo nko mu Gatumba hakunda kuba hari uruja n’uruza rw’abinjira n’abasohoka. Abo rero na bo ngo baharurwa hagati y’abantu 4500 na 5000 buri munsi. Ku bw’ivyo, ngo indobo zibiri ziri muri ico kibanza ntizikwiye ahubwo hakwiye kwongerezwa ibibanza kugira ngo ayo mazi arimwo imiti akwire henshi kandi kuri bose. Yarasavye kandi ko hokwizwa  ibibanza vyo gupima Ebola no ku yindi mipaka (Kobero, Kayanza, Rumonge, Cibitoke), nkuko bimeze kuri INSP no muri CTE yo ku Mudubugu, kugira ngo uwo mugera ukingwe mu mpande zose z’igihugu.  Joseph Butore akaba yanashikirije ko imyiteguro yo gukinga umugera w’indwara ya Ebola uriko uragenda neza. Akagira ati: “Ibikorwa biriko birakorwa ni vyiza kandi bikingira bose, zaba ingenzi canke abasangwa. Tuve hasi rero twese mu kwitabira akamo kose twoterwa n’ababijejwe”. Yarongeye arasaba abantu bose, baba abarundi canke abanyamahanga, ko boca ku mipaka izwi n’amategeko. Ni mugihe umuntu ashobora kuba agendana umugera wa Ebola, agaca ku mupaka utazwi akanduza abandi.
Mu Kirundo, ingo 17.000 zigiye kuronswa ingaburo zikwije kubera Ubuyapani
Umuriyoni w’amafaranga y’amanyamerika, ni wo igihugu c’Ubuyapani kigiye gukoresha mu kiringo c’amezi 11, aho kigiye gukorana n’ikigo gitanga imfashanyo z’ibifungurwa (PAM), mu ntumbero yo kugarukira abana bari munsi y’imyaka 5 n’abakenyezi bibungenze maze batsinde indwara zituruka ku gufungura nabi nk’uko uwuserukira ico kigo mu Burundi, Virginia Villar Arribas yabimenyesheje. Nkuko Muganga Nzorironkankuze Jean Baptiste asanzwe ari umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikranganji  bw’amagara y’abantu no gukinga ikiza ruhonyanganda SIDA abimenyesha, Kirundo ni yo ntara ibangamiwe cane n’ingwara zituruka ku gufungura nabi. Ivyo rero bigatuma abakenyezi bibungenze  bibaruka abana badakwije ibiro, abana bari munsi y’imyaka itanu na bo bakama bagwaragurika ndetse n’iyo hageze gutangura ishure bikabagirira ingaruka.   PAM
mu Burundi isanzwe ikora gute? Nk’uko M. Serigne Loum asanzwe akorera ikigo PAM yabishikirijeje, haracagurwa abakenyezi bahabwa inyigisho imbere y’uko imfashanyo zitangwa mu karere kanaka ndetse no mu gihe bazitanga, kuko ngo gutanga imfungurwa gusa bidakwiye kugira ngo umuntu agire amagara meza. Abo rero baba barahawe inyigisho, ngo baraheza bakazokwigisha abandi. Izo nyigisho ngo zikaba zisubiriza igihe cose kabiri kabiri.   Umuyobozi
Virginia Villar Arribasyagize ati: “Mu
migambi ikigo PAM gisanzwe kirangurira, gitanga imfashanyo
z’ibifungurwa aho hose bigaragara ko hibonekeza inzara
“. "Berwa n’isuku mu gihe c’ubutinyanka"… Icivugo casamiranye mu ntara ya Kirundo kuri uyu wa 28 rusama 2019, mu gihe ishirahamwe @SacodeBurundi ryariko rirahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe isuku rijanye n’ubutinyanka https://t.co/F9TfYcmNON#Burundi #MenstrualHygieneDay pic.twitter.com/6ZJHCSzAZp  Kibicishije mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu no gukinga ikiza ruhonyanganda SIDA mu Burundi, ico kigo giha ibifungurwa abana b’abanyeshure bo mu mashure matomato, abakenyezi bibungenze imfashanyo y’ibifungurwa bigizwe n’ingaburo yikwije nk’ifu y’isoya y’ubuyi ihinguwe neza n’ibindi. Ubuyapani rero bukaba buje gukorana n’ico kigo aho mbere  mu bifungurwa buzotanga  n’ifi zirimwo, nk’uko tubikesha umuserukizi w’igihgu c’ubuyapani Miyashita Takayuki. Abamaze
kuronswa imfashanyo barakeza PAM Mw’ireresi
yerekanwe, abakenyezi  bamaze kuronswa na PAM  inyigisho n’imfunguro
barakenguruka, mbere bamwe baranashinga intahe bakemeza ko
bataribwigere bibaruka abana b’ibiro bishika 3. Ariko ngo kuva aho
PAM itanguriye kubafasha, ngo bibaruka abana beza kandi bakwije
ibiro.
Inzoga n’abarundikazi, twaratohoje
Mu rukuririkirane rw’ivyo tubandanya kubashikiriza bitandukanye biri mu Burundi,  ikinyamakuru Jimbere caragize amatohoza ngo kimenye neza congere kibashikirize  n’ibindi bijanye n’inyifato y’abakenyezi imbere y’inzoga. Umurundikazi ntakirinda kwikinga ibisaka canke kwihisha  mu mitamana ashaka kwivuna akanyota. Amasonisoni y’indero y’ikirundi ntakimubuza kwivuna akanyota canke kuba arongoye iyengero ry’inzoga ngo arabe ko yobukura mu cibo. Ni imwe mu mpinduka nyinshi zabaye mu mico y’ikirundi naho ingaruka zo zitabuze. > GORETI, UMUKOBWA W’INTUNGANE YAHAVUYE ATWARWA UMUTIMA N’INZOGA > VYAHEREYE MU BIRORI  BIHERERA MU BUNYWERO > NOUNOU ASA NK’UKO YAMAZE KWITWA KINYOTA > IBIBANZA BENGERAMWO INZOGA BIRI MU KINYEGERO > ABAKENYEZI BARAKARIRWA N’INGARUKA Z’URUKANYWA GUSUMVYA ABAGABO Ayo makuru yatororokanijwe n’ikinyamakuru Jimbere gifashwe mu mugongo n’ubuserukizi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi, mu mugambi wo gushira ahabona urukurikirane rw’amatohoza yakozwe mu ntumbero yo gutsimbataza agateka k’abakenyezi.
Nkwihoreze Bienfait Nelly
9 juillet 2019 at 19 h 15 min											 Iyo ngeso yo kunywa inzoga kubigeme n’abakenyezi nabonye ubu bikaze cane aha mu gisagara urashobora kuja mu kabare ugasanga umugwi w’abigeme biteretse inzoga kandi zikaze cane ndetse n’agatabi batumura nkaca nibaza uko urwaruka rwo mu myaka irimbere ruzoba rumeze bikambabaza cane ngo turi mwiterambere.y
Nestor Nsengiyumva
9 juillet 2019 at 23 h 16 min											 Amahoro.Hama Vyishi Je Nagize Ico Mbivgako Bivanye Nuko Natahuye. Commentaire Zanje Ziri Kur Page Yanyu Ya Facebook. Nsanzwe Mbakurikirana Cane.Kuberako Umukenyezi Ari Ntangere,kirumara Mumuryango, Harakenewe Inyigisho Zuguhugura Abo Bakenyezi Kugra Bave Ibuzimu Baje Ibuntu,turabeko Bogarukana Yandero Yakera.. Tel +25769158702
Qetsia Yaël iragaba
9 juillet 2019 at 23 h 29 min											 Wap gus igikuru nukugumya ubuntu ntaguhomer inda kunzoga kuko ninkura mu mubindi ndagukure mubantu
Eddy SHIMA
12 juillet 2019 at 22 h 04 min											 Kuba abakenyezi bokwicara mu kabare bakivuna akanyota nta nabi irimwo ariko bigeng ubuntu bibuke ko aribo nkingi y umuryango.Inkingi nayo imaze gusenyuka biba biyangaye.Gusenyuka kw inkingi ndakugereranya no kunywa bakibagira kwigerera bakibagira kumbure ko umukenyezi ar uwotaha kare agatunganya ivyo mu rugo.
uwitonze
13 juillet 2019 at 8 h 01 min											 mwaramutse uko ndabibona jewe,kubera abantu twese imbere yamategeko kandi ubuzima butera buhinduka ukumwaka utashe twese twari dukwiye kwishakira imirimo ariko iyo mirimo ikaba atadutesha icubahiro itatwambura n’umuco n’akaranga,kubwivyo kubakenyezi kunywa akayoga canke kukadandaza kubwaje sibibi ikibi nukubinywa ari vyinshi bikagutesha ibanga ugakora nibibi utokoze murakoze
NDAYISHĪMIYE salvator
13 juillet 2019 at 11 h 02 min											 hahahahahaha… il fallait l’attention avec cette nouvelle pratique…
vous pourrez me demander pourquoi l’attention??je me justifie:
la femme est pris dans notre societe burundaise comme pilier du developpement familial..
cela parce que c’est Elle qui s’occupe de la suivie de toute activité visant la bonne marche du foyer,c’est egalement elle qui assure la meilleur education des enfants..
d’ici,on peut immaginer à quelle heure Elle s’en occupera de ça alors que après son boulot,Elle se dirige directement chez KIRINYOTA MUGENZA… OUI,l’egalité des sexes partout,mais à quelle point,dans quoi,comment et quelles sont les consequences… ces derniers deviennnent innombrables tant financier que social..financier du fait qu’elle doit consommer alors que beaucoup de familles vivent dans une pauvreté sans non,social dans le contexte de l’education des enfants mais egalement pour son mari qui a toujours besoin du CARE NOS MAMANS,nous vous haissons point mais choisissez entre la bonne marche du foyer et l’ivresse ainsi que la voies de sous developpement de ces familles….. merci
Abakenyezi barakarirwa n’ingaruka z’urukanywa gusumba abagabo
Ingaruka z’inzoga ku bagabo no ku bagore si zimwe. Ivyo ntivyemezwa n’ikinyamakuru Jimbere kuko nta bubasha kibifitiye ariko ni abahinga babinonosoye batugira ku muriri…    Ku vyirwa 24 vyakozwe ku migabane yose y’isi, umwe mu bahinga babikoze yitwa Wang avuga yuko ukoranirije hamwe ingaruka zose zishobora kugirira nabi uwanyoye inzoga, uguhakwa kwicwa n’inzoga vyirwiza incuro zirenga 1,5 ku mugore anywa ku munsi igarama 75 (Ni ukuvuga ibirahuri indwi vy’inzoga) ugereranije n’umugabo anywa inzoga zingana nk’uko nyene. Ivyo biharuro birashobora kuduga ugasanga nk’iyo umugore anyoye inzoga zikaze, ko zishobora kumuhitana ugasanga bigeze ku bice 2,5 mu gihe umukenyezi ashikanye igarama 100 z’inzoga ku munsi. Abo banditsi b’abahinga babandanya bemeza yuko imibiri y’abakenyezi ibangamirwa cane n’inzoga gusumba iy’abagabo (nk’akarorero uca usanga abakenyezi ari bo benshi barwaye indwara z’igitigu). Iciyongerako ni uko  abakenyezi ari bo usanga inzoga zaraciye agatete gusumba abagabo bazihereza. Umuhinga mu vy’imibano Manirakiza Dezire Umukenyezi yibungenze akwiye guheba inzoga Nkuko vyemezwa na muganga Ngabirano Erike, iyo umukenyezi yibungenze akaguma yihereza inzoga bituma umwana adaheza ngo akure neza, ubwonko bwiwe burashobora kugira ibibazo ndetse bikanamugirira ingaruka mbi mu mibereho yiwe iyo amaze kuvuka. Ivyo bishoboka kubera ko inzoga ziva muri nyina zigaca mu maraso yiwe zigatera zirangurura mu ngovyi y’umwana ari mu nda na yo ikaba iba iriko iragaburira ico kibondo. Naho biri uko, muganga Ngabirano avuga yuko abahinga batarashobora kwerekana urugero rw’inzoga umuntu yibungenze atorenza kwihereza. Arongerako ati ni co gituma uwibungenze yoca yirinda inzoga kuko n’aho yoba yibarutse zica mu maberebere umwana yonka na we akaba azinyoye.  Muganga Ngabirano aributsa yuko n’abiyumvira yuko imivinyu ata co yonona ko na yo nyene imeze nk’inzoga kuko irimwo ubumara bwitwa Ethanor bubangamira amagara y’abana mu gihe bakiri kw’ibere. Iyo umukenyezi adohotse kw’ibanga ryiwe ryo kwitaho ivyo mu rugo, urugo rurashobora gusambuka Umuhinga mu vy’imibano Manirakiza Dezire, iyo umukenyezi anywa inzoga akarenza, ingaruka mbi za mbere zibonekera mu rugo kuko hari ibikorwa nyamukuru ataba agishobora kurangura nko kwitaho ubuzima bwa minsi yose bw’urugo, gusukura inzu, kurera abana, kubwiriza abakozi n’ibindi vyinshi. Iyindi ngaruka ishobora gushika ku mukenyezi akunda cane urukanywa ni iyuko mu gihe anywa akarenza ashobora guhohoterwa ndetse hakanandurukiramwo n’ivyo gufatwa ku nguvu. Arongera ati,  inzoga umuntu azinyoye ari nyinshi ziragira ingaruka mbi haba ku bagore canke ku bagabo, ariko ingorane nyinshi zigira abagore. Iyindi ngorane igira gatatu uyo muhinga Dezire yatwiganiye ni iyijanye n’ingene abarundi bitwararika urugo na canecane ko mu migenzo yacu umugabo ari we mutwe w’urugo. Manirakiza abandanya yerekana yuko aha mu Burundi dufatiye ku mico n’imigenzo yacu ko umugabo ari we aresha. Ivyo bigaca bijana n’ukuntu kugira ngo umukobwa abe uwusonerwa mu kibano Ni uko ategerezwa gushobora kuronka umugabo , akubaka urugo akaronka n’abana: “ Ariko abagabo barinuba umugore yatwawe n’inzoga kuko baca bashoka bibaza ko atazoshobora kwitwararika ibikorwa vyo mu rugo nk’uko bitegekanijwe. Iciyongerako ni uko boca babona yuko uwo mugore yoba ari umugore yoroshe guhendwahendwa n’abandi bagabo baba bashaka kumusambuza. Ku bagabo b’abarundi rero kuzana umugore yihebeye akarwa bisa n’ukwitega umutego kuko baba bazi yuko urwo rugo ruzohera amazimayongo ata co rushitseko. Umukenyezi anywa inzoga ni we akwiye gusuzuma ingendo yiwe kuko ni yo izomuha ikibanza mu kibano”.
Bwira mugenzi wawe uti birakomeye: udukingirizo twabuze mu gisagara ca Bujumbura
Mu gihe ngo haheze indwi zibiri zirenga hibonekeza ubukene bw’udukingirizo mu bibanza busanzwe budandarizwamwo mu gisagara ca Bujumbura, bamwe mu rwaruka bakunze kutwikorako iyo vyacanganye baridodomba bakibaza ingene bagiye kubikika ngo mu gihe ubu hasigaye haboneka ubw’abifise gusa… Erega iyo uriko uravyumva ku matwi bivugangwa ko udukingirizo twabaye umuzi w’ibuye wogira ngo n’ibimwe vy’urwaruka rutabura ivyo ruterako inkuru. Hari igihe uza wumva bavuganira muri za ndimi zabo ngo: “Erega wangu kuza muri iyi minsi ntibigikunda”. Abandi na bo ukumva ngo: “Amenyo ntakiboneka”, utababayemwo canke ngo ubisiguze ntutora ikivuzwe.
Iyo ubajije impamvu amenyo atakiboneka kandi baseka ukayabona, bararabana bakitwengera, ariko bakanduruka bakubwira ko aho bahora bakura udukingirizo, haheze indwi zirenga zibiri ata n’ako gucisha inzira bakinoba. Kukabankako, burya uza kwemera ko inkuru ari impamo wishikiye mu bibanza bakunda kuburondereramwo canke kubuguriramwo. Edson (izina ryahinduwe), ni umwe mu rwaruka bidoga ko haheze iminsi agakingirizo ‘Class’ atawugaca uruyambu mu gihe arinako gahurumbirwa n’urwaruka kuko kazimbutse. Akemeza ko gafasha cane abadafise amikoro yo kugura ubuzimvye bwo busigaye buboneka kw’isoko. Agira ati: “Twese turakuze ntamwana arimwo kandi si ikinyegezwa, hari igihe bishika ugasanga urakikozeko. Ariko ubu umushitsi arakugendera bigaherera kurabana mu maso gusa kuko bigoye kwikura amafaranga 3.000 Fbu canke 4.000 Fbu ngo uguze agafuko. Uca uhitamwo gutekereza”. Ababudandaza bo babivugako iki? Erega ngo burya n’udukingirizo turi kune turi gutanu! Ngo hari agakingirizo gasanzwe ngo hamwe n’akandi gafise akanovera. Ako rero uwakambaye ntiyipfuza kukambura, ngo kandi n’uwo akanovera kaciyemwo ntakandi yogutuma iyo rwambikanye.
Michel Kariwabo akora muri ‘Pharmacie Internationale’ iri mu gisagara ca Bujumbura, akaba yemeza ko udukingirizo ‘Class’ dusanzwe dukunzwe cane n’urwaruka kubera tuzimbutse, ariko ngo bamaze iminsi bataronka neza utwo babaha kubera tutakiboneka. Ngo ubu hasigaye udukingirizo tuzimvye urwaruka rutifise rutoturukira. Utwo natwo ni nka ‘Longlast’ hamwe na ‘Innotex’. Pour la coopération néerlandaise au #Burundi, "l'usage des préservatifs contribue à la prévention des grossesses et des maladies, et reste une opportunité de démédicalisation et désengorgement des structures de santé" pic.twitter.com/6GCz0gTDbT — Jimbere (@JimbereMag) April 1, 2019  No mur’imwe mu ma ‘Pharmacie’ ari mu Nyakabiga, umukozi ahakora yamenyesheje ko udukingirizo two mu bwoko bwa ‘Class’ haheze indwi zirenga zibiri ataduhari kuko aho baturangurira naho twahakenye. Ariko nawe akamenyesha ati: “Udukingirizo tuboneka ni utuzimvye abatifise ntibaduhangara, urwaruka rutoruto rurondera Class ruraza rugasubira inyuma rutaturose”. Muri PSI bati « Tenyenya » Mw’ishirahamwe risanzwe rigurisha utwo dukingirizo two mu bwoko bwa ‘Class’ PSI bavuga ko na bo bavyumva bica ku mbuga ngurukanabumenyi ko bagiye kubisuzuma neza barabe ko arivyo, inkuru irambuye yiyo nkuru bazoyishikiriza hanyuma bamaze kubisuzuma neza. Kubera ko udukingirizo dusanzwe dufatiye runini urwaruka eka mbere n’abubakanye haba mu kwikingira indwara zandukira ziciye mu bihimba vy’irondoka, gukinga inda zitipfujwe harimwo no gutandukanya imvyaro, birakwiye ko utwo dukoresho twamaho kandi tugatangwa ku giciro catwo.
Vyagaragaye ko naho udukingirizo ‘Class’ twoba tugisigaye twaduze tuva ku mafaranga 300 Fbu dusimbira ku 1000 Fbu n’ayarenga.
Kwitabariza: « Amagara y’abasukura igisagara ca Bujumbura arageramiwe »
Abakozi bakorera amashirahamwe ajejwe gusukura igisagara ca Bujumbura baritabariza mu gusaba ababakoresha ibikoresho vyo kwikingira ku mazuru eka mbere bagahabwa n’ibibakingira mu biganza no mu birengenge. Ni inyuma yaho hibonekeje ko ukurwaragurika kwabaye ndase mu bakozi basukura igisagara biturutse ku micafu birirwamwo batikingiye. Uciye ha mbavu y’ibiduga vyegeranya imicafu biyikura mu makaratiye agize igisagara ca Bujumbura biyijana kuyita mw’iyarara, mu vyukuri usanzwe utagwaye ka giripe ngo kagufashe kuzibira amazuru, uhaca usitanisha wiruka kubw’umunuko w’imicafu iba iriko irahapakirirwa; urabiye kure ubona bamwe mu bariko barapakira iyo micafu mu miduga basa n’abapfunze isura mu gihe abandi usanga bariko barifungurira ivyamwa nk’imicungwa n’ibindi, biboneka koko ko umenga ako kanuko ntaco kabatwaye. Melchior akora ako kazi ko kuyora imicafu agira ati: «Ba muganga bo barikingira ku mazuru iyo bariko barakuvura igikomere kugira ntibanukirwe canke ngo bandure ingwara ariko tweho turavyemera ntakundi. Si ukuvuga ko natwe tutanukirwa, oya! Ahubwo nuko ataburyo bwo kwikingira duhabwa n’abadukoresha. Umve kandi ntituribuhebe akazi ngo nuko tutaronkejwe ibikoresho bidukingira kuko imiryqngo yacu itunzwe n’ibi nyene». Sinzinkayo nawe ngo kuva atanguye ako kazi aragwaragurika cane agereranije n’incuro yagwara ataratangura kugakora. Avuga ko yiyamira kwa muganga utwo yakoreye twose tukamuca mu ntoke aturaba. Agasaba ababatwara ko bobagurira ibikoresho bashira ku mazuru; ndetse bakabagurira n’ibibakingira mu biganza no mu birenge kuko ngo hari n’aho wosanga agwaragurika kubw’iyo micafu yirigwamwo. Ingaruka mbi ku magara Eric Yamuremye, umuganga yanonosoye ivy’isuku n’amagara y’abantu akorera ku bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge, avuga ko kuba abakozi bakora ako kazi batikingiye ari bibi cane kuko ngo bishobora kubatera ingwara nyinshi nk’izo mu bihimba vy’ihemero, ingwara zituruka kw’isuku rike… Akanavuga ko abo bakozi boshobora gukomeretswa n’utwuma twatawe mw’iyarara nk’inshinge, uducupacupa, imisumari, gutyo ugasanga baranduye za kanseri, Epatite B, n’iyindi migera itandukanye.
Uwo muhinga nyene agasaba abaserukira ayo mashirahamwe ko bokabaganya bakarondera ivyo bikoresho bakanarondera imiduga idatobaguritse kuko ngo hari aho bagira ngo bakuye imyanda mu gisagara ariko imiduga iyitwaye ikagenda irayijojoterereza aho iciye hose. Abaserukira ayo mashirahamwe bo babivugako iki? Magnus Nyandwi ni umuyobozi w’abakozi n’akazi akongera akaba umuvugizi w’ishirahamwe rijejwe gusukura igisagara ca Bujumbura (Bujumbura Cleaning Company). Aremera ko abo bakozi batarira gusema kuko ngo akazi bakora atari benshi bogashobora bivanye n’agahumuro kabi usanga aho bakorera. Akamenyesha ko « agiye kuzobikurikiranira hafi babaronse ivyo bikoresho basaba nakare ngo vyabaye buhere ubundi bwo ngo hari ivyo bari barigeze kuzana ». Akagirako anabihanganisha abamenyesha ko « hari vyinshi biriko birabategurirwa nk’ukubavuza, ivya INSS n’ibindi… » Nayo kubwa muganga Naason ngo abakozi bakorera ahantu benaho ngo barakwiye kwitwararikwa cane, ikibazo c’ugukingira amagara yabo nticigwe inyuma y’ibindi, nyabuna ngo kikigwa hakiri kare kuko ngo hejuru y’uko abakozi bagwaragurika, ngo n’akazi ntigaheza ngo kagende neza nk’uko bene ishirahamwe bavyipfuza.
Menya ibijanye na Ebola, ntube sindabibazwa nk’abari hano
Mu gihe Ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu bumaze iminsi busigurira ababa mu Burundi ico Ebola ari co, ibimenyetso vyayo, uko yandukira n’ingene boyirinda mu ntumbero yo kuzitira tutaronerwa, haracibonekeza abantu bamwebamwe batumvira impanuro zitangwa n’abaganga.
Ucinjira ku bwinjiriro bw’ibitaro bikuru vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore uhasanga indobo isometseko irobine y’amazi n’isabuni ku ruhande, maze uwinjira wese akabanza kuhaca, kugira akarabe iminwe. Iyo ikaba ari imwe mu ngingo zafashwe mu ntumbero yo kwikingira umugera wa Ebola naho hariho abatayubahiriza.
Yibereye kuri ‘touch’ n’utu ‘écouteurs’ mu matwi, umusore Léonard w’ifyeri ryinshi twamusanze ku bwinjiriro bw’ivyo bitaro yanse gose gukaraba nk’abandi imbere yo kwinjira, nk’uko bisabwa. Ibaze nawe umuntu, ntibamutumye kuvoma, nta sabune bamutumye, vyose biri aho, ariko ati: « Muko nkaraba mubanza kumbwira ico munyikekeko! » Erega si we gusa. Nk’abantu baza ku bitaro mu miduga, bake cane ni bo bibuka guca ku gikarabiro. Ubwo ni twese tumaze kumenya Ebola ico ari co, ingene ifata, ibi menyetso vyayo n’ingene twoyikingira? Oya, kuko Seremani wo ku mu tumba wa Rweza avuga ko yumva bavuga ngo « Ebola, Ebola » ariko ataco ayiziko. Ngo nta n’iradiyo yifitiye. Ubwo weho woba uyizi? Ebola ni iki? Nkuko tuvyiganirwa n’umushikiranganji w’amagara y’abantu Thadée Ndikumana: «Ebola ni umugera wandukira, ubangamye cane kandi wica mu kiringo gito». Uwo mugera rero, aho ushitse uhasasika inganda. Ntutoranya. Abato n’abakuze urarigita kuko nturatorerwa umuti kuva waduka na bugingo n’ubu. Uwo mugera wandukira gute? Muganga Jean Bosco Girukwishaka, umuvugizi w’Ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu avuga ko umuntu ashobora kwandukirwa akoze ku gikoko canduye, afunguye inyama zaco, akoze mu biyorwe (ibidahwe) vy’uwanduye. Ashobora kandi kwandurira mu ndugumba, ibiseru, amate, amaraso, amazirantoke, umwanda muto, igikomere co ku rukoba.
Ni nk’uko kandi umuntu ashobora kwandukirwa ahonyoye aho uwanduye yaciriye amate, canke amukozeko eka mbere ngo naho yokora ku kiziga c’uwishwe n’uwo mu gera canke ku ntumvyi (igikoko capfuye caranduye). Ni ibihe bimenyetso vyawo? Mu bisanzwe, umuntu ntapfa kumenya ko yanduye uwo mugera adashikiriye abaganga bo babinonosoye, bafise ibikoresho n’ubuhinga bwo kuwupima. Naho biri uko, hariho ibimenyetso bitangura kwibonekeza imbere y’ibindi. Ivyo bimenyetso bikaba ari nk’ubushuhe bwinshi bufata bukumbi, ugucika intege, ukudunerezwa mu mitsi, ukumeneka umutwe, ukubabara mu muhogo. Iyo ingwara iteye yiyongera, haragera n’igihe umugwayi aguma ayorwa, agacibwamwo cane ndetse agatangura no kuva amaraso. Ni gute umuntu yokwikingira uwo mugera ? Nk’uko tubikesha ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, birashoboka ko umuntu yikingira umugera wa Ebola mu gukurikiza impanuro zikurikira: gukaraba amazi meza n’isabuni, kudakora no kutegera ibintu vyose vyavuye mu wanduye uwo mugera eka mbere n’uwikekwa , ari ibiyogwe, amate, umwanda muto, amazirantoke, amaraso n’ibindi, ukwegera kure ikiziga c’uwishwe n’ingwara iterwa n’uwo mugera. Naho gushika ubu mu Burundi atawuratorwa uwo mugera nk’uko umushikiranganji w’amagara y’abantu Thadée Ndikumana avyemeza afatiye kuvyo ibipimo vyakozwe vyerekanye, umurundi wese yibabara akababara n’abandi arakwiye gukurikiza izo mpanuro zose zatanzwe mu gihe hiketswe ibimenyetso vya Ebola kuko ico kiza giteye ubwoba.
«Berwa n’isuku mu gihe c’ubutinyanka»
Umwigeme ari mu butinyanka ntakwiye kwikumira, nyabuna akwiye kumenya kwigirira isuku hamwe n’igikoresho yokoresha kugira yikingire indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka 2019. Vyavugiwe mu ntara ya Kirundo kuri uyu wa 28 rusama, mu gihe Ishirahamwe SaCoDe ryariko rirahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe isuku rijanye n’ubutinyanka, ku civugo «Berwa n’Agateka». «28: iminsi abigeme muri rusangi bamara kugira bongere kuja mu butinyanka. 5: iminsi abigeme muri rusangi bamara bari mu gihe c’ubutinyanka. Nico gituma igenekerezo rya 28/5 ryashinzwe kugira ribe umunsi mpuzamakungu wahariwe isuku ryiza mu gihe c’ubutinyaka. Uwo munsi mpuzamakungu wahariwe isuku mu gihe c’ubutinyanka ukaba washinzwe mu mwaka w’2014 ariko mu Burundi watanguye guhimbazwa mu 2019 kubera ko ibijanye n’ubutinyanka vyafatwa nk’ibitera soni». Vyashikirijwe n’uwaserukiye ikomine ya Kirundo Manariyo Pascal. Kuri uwo munsi mpuzamakungu wahariwe isuku mu gihe c’ubutinyanka, Françoise Nibizi umukuru w’ishirahamwe SaCoDé ryishinze kwigisha isuku ryiza mu gihe c’ubutinyanka yasavye ko Abigeme bari kw’ishuri bakwiye kuronka aho bihindurira hameze neza, bakamenya igikoresho kibereye bokoresha kandi bakiga no kuganira n’abavyeyi babo ibijanye n’ubutinyanka. Kubahuka kuvugira ahabona ibijanye n’ubutinyanka batitaye ku mico ngo bizotuma imyitwarariko ijanye navyo iguma yibukwa gutyo abana b’abakobwa baja mu butinyanka bakaba bazi ingene bavyifatamwo n’isuku bijanye. 👩 "Umwigeme ari mu butinyanka arakwiye kumenya kugira isuku ry'umubiri wiwe hamwe n'igikoresho kibereye mu ntumbero yo kwikingira indwara zifatira mu bihimba vy'irondoka".  @nibizifrancoise aramutswa @SacodeBurundi#Burundi #MHDay2019 #MenstruationMatters pic.twitter.com/dA7aFU81MA — Jimbere (@JimbereMag) May 28, 2019  Tuyage ivy’ubutinyanka mu muryango Niyonzima Pascasie ni umuyobozi w’indero n’amashure yimyuga mu ntara ya Kirundo. Mw’ijambo ryiwe yashikirije yavuze ko ibijanye n’ubutinyanka mu mico y’abarundi ari ibintu bitavugirwa ahabona. Agira ati: « Kubera isoni zitwikiriye ubutinyanka, abana b’abakobwa baraja mu butinyanka ntibamenya ingene bavyifatamwo. Ku bw’ivyo abavyeyi barakwiye kwiga kuganiriza abana babo bagakura bazi ibijanye n’amahindagurika yabo n’ingene bokwitwararika kugira isuku mu gihe bari muri ivyo bihe». Ubutinyanka kw’ishuri  Mu gihe c’ubutinyanka, abigeme barakunda gusiba canke bagataha batamenyesheje umwigisha kubera isoni. Ivyo bikaba biterwa n’ukubura amazi n’aho bihindurira.Bagarutse, hari aho basanga harakozwe utubazo ntibemererwe kudukora nabo, gutyo ikaba intandaro yo gusibira canke guheba. Françoise Nibizi abona ko umwigeme adakwiye kuburizwa amahigwe yo kwiga ngo n’uko ari mu butinyanka. Agira ati:«Kuja mu butinyanka ni agateka kabera umwigeme gakwiye kwubahirizwa». Yongera ko ati: «Abariko barubaka amashure bamenye ivyo umwigeme akenera, bubake utuzu twasugumwe twugarwa kandi turimwo n’ ikiyo co kwiraba mu gihe umwigeme ariko arihindura hongere hashirweho n’amazi meza yo gukaraba kugira bamenyere kwiyoza kenshi igihe bari muri ivyo bihe». Hokoreshwa igikoresho kimeze gute mu gihe c’ubutinyanka ? Abigeme batari bake baragwara impishwa, abandi bakagira uruziri runuka cu, eka hari n’abarwara indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka n’ubugumba budasigaye inyuma biturutse k’ukutamenya igikoresho bokoresha mu gihe c’ubutinyanka. Béatrice Mukarurangwa ni umunyeshure w’imboneza mu mugambi wa SaCoDé ujanye n’isuku mu gihe c’ubutinyanka akaba yiga mu mwaka w’icenda afise imyaka 20. Agira ati: « umwigeme canke umukenyezi ari mu butinyanka ategerezwa gukoresha agatambara gasukuye neza kandi koroshe canke agatambara karimwo ipampa hejuru hariko ishashi ituma bitamena ngo bitembe». Yongera ko ati:«Agatambara «agateka» ni keza cane mu gihe c’ubutinyanka kanatsinda gakoreshwa imyaka itanu iyo kabungabunzwe kakamesuzwa amazi meza n’isabune kandi kakaja karakagororwa». Ubutinyanka ni agateka ku mwigeme, ni ikimenyetso cerekana ko ashobora gusangwa umucisho i mugongo. Umwigeme ntakwiye kwikumira ahubwo akwiye kwitwararika isuku, akiyoza kenshi akitwararika gukoresha agatambara gasukuye neza kandi koroshe canke agatambara karimwo ipampa hejuru hariko ishashi kugira yikingire indwara zituruka ku mwanda mu gihe c’ubutinyanka.
Ashushanya inyama n’ivyamwa bikozwe mu masashe n’impapuro. Birasize ubwenge
Urumva nyene, ni za nyama, za papayi, ya mavoka, na wa mukeke muzi. Dani-Kasembe, umuhinga-munyamyuga  wo mu ntara ya Rumonge abishushanya mw’ibumba akura mu nkaratasi, nabo abanyamero babirabukwa aho biteretse mw’isahani bakamucunga ku kigohe mbere bamwe n’iryinyo bagashinga ko, bagatangazwa n’uko basanze ari ibuye ryibereye aho’o. Yemwe ngo iyarara ni ryo rimwihera.
Dani avuga Ko abamubona kenshi ariko aratoratora amasashe n’ibipapuro bataye,
haba mw’ikuburiro canke mu tuguriro, bamutunga intoke babwirana ngo urya ni
umusazi, mbere bamwe akumva bavugana ngo karabaye. Ico akora ngo abima amatwi
agashishikara kuko aba azi Ko birimwo ubuhiye. Vyatanguye nk’inzozi… Dani kasembe agira ati:«Mu mwaka wa 2011, ni ho narota ndiko ndakora inyama n’ivyamwa mu masashe. Kuko narinsanzwe nzi ubuhinga bwo gushushanya ibintu ndabicishije mu nyandiko, maze kwikangura, nibwira nti karubutse, umwuga wa kabiri uravutse kuko vyose biza mu kurota. Ni ho natangura kubishira mu ngiro, mu nyuma ndateba nja hamwe n’abandi tugira ishirahamwe bita «Art in Africa » kugira ngo dushobore gukora vyinshi bishoboka». 🔴 Kuva kuri uyu wa 11/02 gushika ku wa 14 ruhuhuma, hariko haraba ihayanisha-gurisha kuri Palais des arts, mu gisagara ca #Bujumbura. Abahinga banyamyuga batandukanye bo mu #Burundi barahazanye ivyo bahinguye ▶ https://t.co/pL964Ut5zi#artwork #talents pic.twitter.com/4diMGkM3qk Uko babibumba Nk’uko Dani–Kasembe abimenyesha, inyuma yo kwegeranya impapuro n’ibikaratokarato barabibombeka bakabimaza nk’indwi 2 canke zirenga gato bariko barondera ico bo bita «ibumba». Ivyo birangiye, baraheza bagasekura rya bumba, bugingo  rinoze bakarondera «colle» ikora nk’ishashara mu kumatanya uduce tumwetumwe tw’ivyo yipfuza guhingura, bagakora amagufa, bakayateranya hanyuma bagatanga ishusho y’ikintu. Ivyo birangiye, baraheza bakavyanikira, hakaba intambuko yo kubikuyengeza(kubiseena), bakabisiga irangi bagaheza bakiga ingene hoboneka isoko yavyo. Intambamyi.. Nubwo Dani-kasembe akunda gukora
ibintu vy’ubuhinga busamaza ndetse bugatangaza benshi, avuga ko abura abamufata
mu mugongo ngo bamufashe kubishira ahabona ibikorwa vyiwe kugira ngo ashobora
kubishora no hanze y’igihugu. Dani-kasembe amenyesha kandi Ko
benshi mu barundi bataramenya agaciro k’ibikorwa vy’abanyamyuga. Agira ati: «Ni koko hari abaza
bakavyihweza bikabashimisha  ariko hageze
kukigura akaguha amahera adashoboka kandi hari aho usanga bitahuritse bivanye
n’uburyo bw’abanyagihugu batobato». Uwo Dani agasaba ko hoba amashirahamwe ashigikira abanyamyuga b’i Burundi kugira ngo impano zabo zishike kure hashoboka kandi zambaye akaranga k’abahinga-banyamyuga b’i Burundi eka n’igihugu kivugangwe kubw’akaranga k’ibikorwa vy’amaboko vy’abarundi.
Bujumbura: abanyamyuga barahayanisha ibikorwa vyabo
Kuri uwu wa 11 ruhuhuma, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’imico kama, akaranga n’inkino Hakizimana Godefride yuguruye icese ibikorwa vy’ihayanisha-gurisha ry’ivyahinguwe n’abahinga banyamyuga bo mu ntara z’uburaruko, ubumanuko n’uburengero. Ico gikorwa kikaba cabereye kuri Palais des Arts mu gisagara ca Bujumbura.  Ntawokwiyibagiza ko uruhara rw’abahinga ari ntangere mu buzima bw’igihugu n’abanyagihugu kuko ivyo bahingura usanga biriko birakoreshwa haba mu kwikenura, kwishariza, gushariza aho abantu babaye n’aho  barangurira imirimo ya minsi yose. Nico gituma ubushikiranganji bw’imico kama, akaranga n’inkino bwafashe umugambi wo kuza burahuza abanyamyuga kugira baronke akaryo ko kwerekana ubuhinga bwabo, bungurane ubwenge,uwufise ico arusha mugenzi we akimwereke kandi bashobore no kugurisha ivyo bahinguye maze banikenure mu vyo bakeneye mu buzima bwabo bwa minsi yose. Ngo
hari n’ibitegekanijwe gukorwa muri ico gisata  Hakizimana Godefride avuga ko bagiye
kwicarira ibibazo bijanye n’imyuga ndangakaranga, bamirire kure abigana n’abiyitirira
ubuhinga bw’abanyamyuga b’abarundi. Ngo hazoshirwa imbere kandi ugukingira ivyo
bahingura mu kubibika neza, hashirweho amategeko gutyo boroherwe mu mwuga wabo
bongere baronke uturusho. Uwo munyamabanga abandanya avuga kandi
ko bazokwugurura amasoko ateza imbere ico gisata haba mu Burundi canke mu
makungu kugira abo banyabuhinga baronke akaryo ko kumenyekanisha Uburundi
biciye mu vyo bakora bongere biteze imbere ku bijanye n’uburyo bwo kubaho mu
miryango yabo.   Hoba hari
akarusho abanyamyuga babibonamwo? Manirambona Alexis  ni umwe mu bari bitabiriye ico gikorwa co
kwerekana ubuhinga bafise. Nk’umuhinga mu gushushanya, avuga ko usivye ko ivyo
acapa bimwinjiriza amahera yo kwiyungunganya mu muryango, ngo biranerekana
akaranga k’igihugu, ubuzima abantu babayemwo, kandi ngo birerekana ubushobozi
bw’ukwiyumvira abo banyamwuga bafise. Nayo Kubwimana Espérance yihweje ibintu n’ibindi bikorwa n’abanyabuhinga, yagize ati:« Mu vy’ukuri abarundi turafise impano tukabura aho tuyigaragariza. Birateye igomwe kubona ushobora kubona ingene umuntu yiyumvira atavuze ahubwo uvyirabiye mu co yahinguye». Nk’uwarariko araratira ijisho ntiyanatanzwe no kwigurira tumwe mu dusharizo azomanika mu nzu. Hakizimana Godefride ahamagarira rero abanyabuhinga gukura amaboko mu mpuzu, bakagira umwete wo gukomeza ibikorwa batibagiye kuja mu mashirahamwe n’amakoperative gutyo bakorere mu migwi kugira bungurane ubumenyi nakare bagira ngo «Imitwe ikora ikoranye». Yanagiriye ko anamenyesha ko ico gikorwa catangujwe icese  kuva kuri uwu wa 11 ruhuhuma kizomara imisi 3, abahinga banonosoye ivy’ubuhinga bazoba bariko baragendera abo banyamyuga baraba abarusha abandi babaha ubushimwe ariko ngo n’abatazoba mu ba mbere bozoronka uturusho kuko na bo bari mu bakoze.
Akoresheje utumwanya n’amacupa ya plastike, Fiacre Nijimbere ahingura amatafari y’i pavé
Utumwanya tutabora hamwe n’amacupa ya plastike atekerwa mwo amazi  n’imitobe y’ubwoko butandukanye bitabwa aho ari ho hose, biri mu bibangamiye ibidukikije. Ariko naho biri uko, Nijimbere Fiacre umunyeshure muri kaminuza nderabigisha ENS avuga ko bikozwe neza aho kwonona ibidukikije vyokoreshwa mw’iterambere ry’igihugu. Ni no muri iyo ntumbero, uwo munyeshure yihaye ihangiro ryo kugabanya iyo micafu mu kuyihingura mwo ama-pavés. Nijimbere Fiacre, ni umwana wa kabiri mu muryango w’abana 7. Uwu musore w’imyaka 27 avuka mu ntara ya Kayanza, muri komine Muhanga. Nkuko rero avyivugira, ngo iciyumviro co guhingura ibintu bivuye mu tumwanya tutabora hamwe n’amacupa ya plastike, si ivya vuba. Ngo vyamuje mwo mu mwaka wa 2017 aho yari ari mu gihugu ca Uganda. Aho na ho akaba yaguma abona iyo micafu bayegeranya bayijana akumva bavuga ko bayikura mwo ibindi bintu vy’akamaro ariko ntamenye ivyo ari vyo. Afatiye ku kuntu rero utumwanya (amasashe) hamwe n’amacupa ya plastike ari ibintu bitabora kandi bititura isi cane, eka mbere akabuwe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu ribuza ivyo bikoresho mu Burundi, yafashe ingingo yo kwegeranya ivyo bintu bibonwa nk’ingorane, maze ahita mwo kubihingura mwo ama-pavés akomeye cane, gutyo ivyari bibi bicika ivy’akamaro. Igikorwa Fiacre amaze mwo amezi atanu akora.  Uti none ayo ma pavés akozwe gute ?  Nijimbere ati : « Negeranya amasashe hamwe n’amacupa ya plastike ivyo benshi bita amakinju. Ndabiyonza mu kubiturira, ubona ko binatuba cane, nca ndabicanga n’umusenyi nkaheza nkabiha iforoma nshaka. Iyo pavé usanga ikomeye nk’amabuye ku buryo uyisashe hasi mw’ibarabara ikamyo ipima nk’itoni 50 yoyica ko ntihagire ico iba ». Akabona rero ko, hamwe ico gikorwa cobandanya, ndetse kigashigikirwa, ayo mapave ahingurwa mu tumwanya hamwe n’amacupa ya plastike yoshobora gukoreshwa mu kwubaka amabarabara meza asenye neza, eka mbere yonasaswa mu nzu canke mu mpangu z’abantu.  Na yo Jules Habonimana umusore barikumwe,
ngo aratangazwa cane n’ubuhinga n’ubumenyi bwo kwiyumvira uwo Fiacre mwumva
afise, mbere akaba anipfuza ko yokwamana nawe kugira ashobore kumurahura ko
ibitari bike. Intambamyi… ? Ku bwa Nijimbere, intambamyi ni nyinshi
ariko izikomeye kurusha izindi ngo ni iyuko ari igikorwa kiruhisha kandi akaba
agikora ari umwe atararonka abantu bashobora kwumva umugambi ngo bawufadikanye.
Arahura kandi n’iyubukene
bw’ibikoresho ashobora kwifashisha mu gihe ahingura iyo micafu. Akamenyesha ko
kugeza ubu agikoresha iminwe ata mashine yo guhingura mu mwanya muto araronka,
akanemeza ko arinze ayironka, nk’imicafu iri mu gisagara ca Bujumbura,
bishoboka ko yose yoyihindura mwo ama-pavés mu gihe kitonarenga ukwezi kumwe
gusa. Gutyo igisagara kigasigara cera, eka mbere ngo honagera igihe abimara mu
gihugu akabura n’ivyahingura. Aranahura kandi n’intambamyi yo kubura ikibanza
c’isanzuye yobikorera mwo. Nijimbere abonera ho
akaryo ko gutera akamo uwubishoboye wese guterera ico ashoboye, kugira uwo
mugambi ushigikirwe, maze bagire uruhara mu gukingira no gukura imicafu mu
gihugu mu ntumbero yo kuyihingura mwo ibindi bintu vy’akamaro bifasha
mw’iterambere ry’igihugu. Erega ngo ntahingura amatafari ya pavé gusa, ngo
aranahingura amakara mu micafu itandukanye bataye hari mwo n’impapuro ! Mwomenya rero ko mu ntumbero yo gukura mu gihugu utumwanya tutabora dusanzwe tunatitura isi ku rugero rukabije, umukuru w’igihugu c’Uburundi yari yaratanze ikiringo c’amezi 18 cemerera abadandaza kuba basohoye utwo tumwanya, maze inyuma yaho bakiga uburyo bwo gukoresha utundi twoba dukozwe ku buhinga butuma tubora.
Ku myaka 50, Thérence Nzeyimana aheruka kuronka urupapuro rw’umutsindo
Kubw’inyota y’urupapuro rw’umutsindo
rwo mu gisata c’ubuvuzi, Thérence Nzeyimana yaranangiriye gushika
arushikiriye.  Ntiyakanzwe imvi,
intambara canke amajambo y’abantu. Yagumye ku kagumye gushika indoto ziwe
zibaye ukuri. Muri uwu mwaka wa 2019 akaba ariho yatsindira ‘igarade’
ry’ubudogiteri afise imyaka 50.  Uwo munyeshure aheruka kuryamukana urupapuro rw’umutsindo rwo mu kiganga yavukiye mu ntara ya Gitega ku musozi Songa mu 1969. Amashure yiwe y’intango yayatanguye mu 1977, kw’ishure ryitwa Mumuri. Yakoze ikibazo ca reta co mu mwaka wa 6 mu 1986, avuga arakinovye.  Mu 1987 yaciye asimbira kw’iseminari y’ i Mugera aho yize adakubita urugohe gushika arangije umwaka w’icumi. Nta shure na rimwe yigeze asibira canke ngo asubiremwo mu myaka yose yamaze kw’i Seminari gushika mu 1991 aho yaronswa urupapuro rw’umutsindo rwemeza ko arumije amashure ya mbere.  Agikora ikibazo ca reta kimuha uburenganzira bwo kuja kuri Kaminuza yagitaye mu mutwe baba bamurungitse kwiga kuri Kaminuza y’Uburundi mu gisata c’ubuganga, akamwemwe karamusya kuko yari yinjiye mu mwuga yipfuza kuva akiri muto kandi akibwira ko agire ayanyabiranye. Umuvuduko w’amashure yiwe uzingamikwa
n’intambara Umwaka wa 1992 ugishika, Thérence yari yamaze
gushika mu nyubakwa za kaminuza, aho yiganye umwete udasanzwe, umwe wamuranze
kuva akiri   mu mashure matomato.
Akirangiza umwaka wa mbere, vyaciye vyanka ko akomeza gukurikirana amashure yiwe
kuko ibihe bitari vyiza (1993: igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye)
araheza arahunga.  Yagerageje kurondera
guhungira mu gihugu c’Urwanda yumva ngo na ho akariyo karahinda. Bugingo agize
ngo asimbire mu gihugu ca Tanzaniya, ntivyamukundira. Mu mwaka wa 1995 ni ho Thérence yumva uwumurangiye akazi ko kwigisha mu ntara ya Ruyigi aja kuba arateramiyeho, aho yahavuye aba umuyobozi. Naho biri uko, yagumanye igisharara co gusubira kw’ishure kuko yumva muri we ngo hamwe yopfa atabaye Muganga yobibazwa. Vyanka ko yigumya asubira kw’ishure Inyuma yo kubona abandi baza baramusanga
kw’ishure n’ifyeri ryinshi ry’uko barangije za kaminuza kandi bagahembwa
agashahara gatubutse, vyaramwanse mu nda agira agashari keza kamubandira
gusubira kw’ishure. Ababanyi bumvise ko agire aje kuyabandanya,
ntibamworohereje na gato. Mu gihe bamwe mu bo mu kibano bagerageza kumuharurira
imvi, abandi bamwibutsa igihe yavukiye ariko ivyo vyose avyima amatwi. Mu mwaka wa 2006 ni ho yibatura asubira kw’ishure, afise imyaka 37. Naho bitamworoheye, ariko yagumyeko. Agira ati: « Mu buzima bwanje bw’amashure sinari bwasibire ukuri hano. Nashikiye mu mwaka wa kabiri wa Kaminuza. Uwo mwaka w’ishure unkubita hasi. Nsubiyemwo kandi, biba uko, mu nyuma ndagwara nsubira kumara imyaka 2 ndi muhira. Ngarutse mu 2011 nti ngire mpindure igisata aha si ahanje ariko abagenzi bamba hafi bampanurira kubandanya. Umwaka ugira gatatu ndi mw’ishure rimwe nihebuye, ni ho nunguruzwa ndaheza ndayamamira gushika ndayakangaje. Ubu nkaba mperuka gusoma igitabu n’ukwatirwa mu budogiteri kw’igenekerezo rya 12 Nyakanga mu 2019 ». Ntahava akukuruka ataratangura akazi?  Kuri ico kibazo yishura agira ati: « Akazi ka reta ninakaronka bizompimbara.
Ariko kandi ndakabuze nzoraba niyungunganye kuko ubumenyi ndabufise. Kandi naho
bitoba ivyo, umuntu ntakwiye kwiga ahanze amaso reta gusa ahubwo nyabuna yohora
yiyumvira no ku migambi yorangura yisunze ivyo yize mw’ishure kuko reta
itoronka ubuzi ikwiza abariko bariga bose ».  Muganga
Thérence Nzeyimana akaba anezererewe urwo rupapuro aheruka gutsindira nk’uko
avyivugira. Agatera intege urwaruka ruriko ruriga uno munsi aho arukangurira
gukora rutitaye ku yavurwa ahubwo nyabuna ruhangane n’ihangiro rwihaye.
Ezéchiel w’i Mubimbi : Ku mashure yiwe atandatu, yashoboye gutanguza isamirizi «Impano»
Ni
umwe mu vyitegererezo vya Komine Mubimbi bivuye ku kuba yarashoboye gukora
isamirizi mu mwaka wa 2017, isamirana ku birometero 16. Ku buto n’amashure make
yiwe, Ezechiel yarashitse ku ndoto yarafise akiri muto, iyo gukora isamirizi
imwegukira. Iyo nsamirizi iherereye ibubamfu bwa komine
Mubimbi. Ikimenyetso kiyerekana, ni antene Ezechiel yikoreye n’iminwe, ikaba
ikorera mu kazu gatoyi k’imetero 4 kuri 4, bagakoresha mikoro 3 zashaje, hamwe
n’ibindi bikoresho uwo mufundi Ezechiel aza araterateranya. Abakunzi b’iyo
nsamirizi bahamagara ku gaterefone gato nako kakongera kakaba kabika amajwi,
kakongera kagakoreshwa mu kuvuza umuziki amasaha 24 kuri 24. Ako gaterefone
gafise akamaro kanini cane. I Mubimbi, umuyagankuba si ikirenga.
Ezechiel yaciye arondera ubundi buhinga bwo gukoresha icuma gikoresha
imishwarara y’izuba, aca ashirako ibeteri bikorana, gutyo iradiyo iraheza
iraronka umuyagankuba ukwiye kugira ngo ishobore gusamirana neza. Ugukunda
gufundikanya utuntu kuva mu bwana Ezechiel ni umusore w’imyaka 24. Kuva
akiri muto, yari umwana akunda gufundikanya utwuma. Ezechiel abiha insiguro
ikurikira. «Dawe yari umufundi
w’amaradiyo. Nama ndi iruhande yiwe, nitegereza ukwo akora.Sinigera ndamuva
impande kuko narakunda cane ivyo akora. Nico gituma novuga ko ndi umufundi kuva
ndi ikibondo. Bindi mu maraso». Yatanguye kwigana umwuga wa se, kuva
agifise imyaka 12 gusa, ubufundi burahava buramutwara umwanya wiwe wose.
Ezechiel agira ati :« Vyatumye mpeba
amashuri. Ntivyakunze ko ndenga mu mwaka wa gatandatu. Naciye nihebera umwuga
wo gukora amaradiyo n’amasaha». Gushika uyu munsi, Ezechiel ni umufundi
akomeye, Mubimbi yose yikorako. Mu gushinga isamirizi «Impano» mu mwaka wa 2017
itariki 12 za Ruheshi, Ezechiel yifuza gushika kure n’impano yiwe. Mu gihe
insimirizi yiwe ivuga umunsi wose, amasaha 24 kuri 24, urutonde rw’ibiganiro,
urukurikirane rw’avyo, bigabuye neza.Ezechiel asigura ati : «Dufise ibiganiro bishika 7 bivuga imibereho
yo mu kibano, ibihanze urwaruka rw’i Mubimbi, ivyo rukunda na canecane
nk’inkino n’umuziki, tutibagiye iterambere rusangi». Ku kijanye n’abakozi, insamirizi impano
ahanini ikoresha abakorera bushake, ku mvo z’ubukene bw’uburyo bwo kubahemba.
Ezechiel amenyesha ati : «Dufise
abakorerabushake 16, bakaba bakunda cane umwuga wo kumenyesha amakuru. Muri
abo, harimwo abahora baronka ubuzi ku samirizi zikomeye, ahanini bakabikesha
ubumenyi bakuye kuri iyi nsamirizi yacu». Ivyo bikaba bihimbara cane uwo
muhizi w’i Mubimbi.
Violette Mukagatare,  uwanaguye amashirahamwe
Mu gihe ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana «Mukenyezi Iteze imbere» ryo ku musozi wa Ntega, ryari rizingamitswe n’amadeni atishurwa, Violette  Mukagatare yaribereye urukiza.  Uwo nawe ni inde?  Ku butekereji n’amasoni vyiwe,ntawomuha ubutwari
bwo gushira ku murongo amashirahamwe yo muri Ntega, igikorwa yashimiwe cane
muri iyo komine. Abakenyezi bose bo mw’ishirahamwe «Mukenyezi Iteze imbere»
baramuhurizako. Bagira bati :«Iyo
atahaba, ukuziganya no kuguranana biba vyarahagaze, ntitukiba tugikora ibikorwa
vy’ishirahamwe». Violette Mukagatare rero, ni umwigishakazi wo mu
mashuri y’isumbuye muri komine ya Ntega, akaba ari ijisho ry’ishirahamwe
Dushirehamwe muri iyo komine. Naho asanzwe atari umwe mu bari muri uwo mugwi
w’ukuziganya n’ukuguranana Mukenyezi Iteze Imbere,
Violette yarafashije cane abasanzwe bayirimwo mu kubereka ukugene bokwifatira
mu minwe ishiarahamwe bakiteza imbere. Violette avuga ati : «Kuva iyo migwi yo kuziganya no kuguranana
isubiriye gukora neza, abakenyezi barashobora kwigurira agasabuni, igitenge,
n’utundi twa nkenerwa, batarinze gusabiriza ku bashingantahe babo». Mu gihe uwo mugwi Mukenyezi Iteze Imbere
wari ufise imyaka ibiri gusa, Violette ashikiriza ko wahuye n’ibibazo bifatiye
ku banywanyi bashaka gufata amadeni bagaca bareka kuyishura, bagahiga mbere
n’ukwo bova mu murwi Ku
butwari n’ububangutsi bw’iwe , Violette yaragaruye intama zazimiye Violette yigana ati :«Narahamagaye abo bakenyezi bose basa
n’abahemutse ku co bari bemeye, ndabibutsa ihangiro ry’ishirahamwe, ndabumvisha
ko bategerezwa kuriha amadeni basavye, ndabamenyesha ko ishirahamwe ridashobora
guhomba bivuye kuri bo». Ico gikorwa caragize ico kimara. Nk’akarorero,
umwe muri abo bakenyezi yarashoboye kuriha amafaranga y’amarundi agera
kuri  28.700 yari aheranye.  Francine Nshimirimana, umunywanyi w’ishirahamwe
Mukenyezi Iteze Imbere  aravyemeza. Agira ati : «Hari abakenyezi basavye amadeni munyuma ntibipfuze kuyariha. Niho
Violette yaciye afata ibintu mu minwe, arashira ku murongo abo bari bataye
ihangiro, ubu abatari bake bakaba bariko barishura ayo ma deni ». Ku bwa Francine Nshimirimana, Mukantare
yarasubije agateka umugwi w’abo wariko usa n’uwuhomba, akaba yabikoze mu
butwari ntangere. Agira ati :«Kuva
uwo mu hizi aje kudufasha, ntiturasubira guhura n’ibibazo vy’abadashaka kuriha
amadeni yabo». Florentine Nkunzimana, nawe kuva abaye
umunywanyi w’iryo shirahamwe, ashikiriza ko kuva aho aherewe ideni yatanguje
urudandazwa rutoyi rw’ibitoke n’udutomati, agashima cane ukwigenga kubijanye
n’uburyo. Avuga ati :«Ni umunezero
ntangere kubona Violette yaraje kudufasha. Nari nagize umutima uhagaze
kubijanye n’iterambere ry’ishirahamwe. Iyo rihomba nari kuba mburiyemwo
uburusho butari buke nkurayo». Co kimwe na Francine, Florentine nawe
nyene arashimagiza igikorwa Violette yakoreye ishirahamwe, mu gihe hari
hasigaye ko ibibazo vy’abanywanyi batariha amadeni bishikanwa mu butungane.
Saïdati Iradukunda umupfasoni w’intangarugero, icitegererezo ca bagenzi we
Saïdati
Iradukunda ni umukuru w’ikaritiye yo
ku Ntega, uwo mukenyezi ntarera amaboko ahubwo akora utuntu twinshi: arafasha
mu guhereza ibikoresho abafundi bubaka amazu, ni umuririmvyikazi akongera akaba
n’imboneza. Eka ni urumuri rumurika abandi mu kibano. Ari mu mwitwikiro wirabura, ukimubona
womugereranya n’umwisiramukazi abushitse, umwe yitwararika udukorwa two mu rugo
gusa. Ariko Saïditi
wewe abona ko kwemera mu vy’idini bikwiye
kujana no kwitunganya mu rugo no mu guteza imbere ikibano. N’agatwengo kenshi,
agira ati : « Jewe nkora akazi
kabonetse kose, sintoranya ». Saïdatini umwirimizi, umukuru w’ikaritiye, umuririmvyikazi, uwuhamagarira
abandi bakenyezi kwijukira ibikorwa rusangi akongera akaba n’umuhuza, emwe eka
akora vyinshi ntiworaba. Nayo ku bijanye n’ubuzima bwo mu rugo, arabumenyereye
cane: Saïdati arubatse kandi afise abana icenda, ntaco atinya ku bijanye
n’akazi  ico yiyumviriye ashirwa
agishitseko. Yarakoze mu guhereza isima, ibeto n’amatafari abafundi bariko
bubaka inyubakwa y’amanama y’aho nyene ku Ntega. Nkuko vyemezwa na Josias
umwigisha wo ku Ntega, agira ati : « Ariko
aracanga ibeto yongera ayidugana ibikwa,ahereza amatafari ahiye n’isima, emwe, uwamubona
wese yaratangazwa n’umwete afise ». None
hari uwoduga igikwa no kw’isunzu ry’inzu… mu mwitwikiro? Kuri ico kibazo Saïdati yishura ati :« Oya! Ikintu cose gifise
umwanya waco.  Iyo hageze kubaka nambara ipantaro, ariko iyo ari umwanya wo gusenga
nambara umwambaro ujanye n’ugusenga nyene». Ka muririmvyikazi, aramaze
gutunganya indirimbo zitari zike zifatiye ku vyivugo bitandukanye
nk’ivy’amagara y’abantu, indero, … akaba arindiriye ko hogira umugiraneza
yomushigikira kugira ace atangura kuzitunganya neza yongere azisohoze. Ukuririmba,
ngo uwo mukenyezi ashaka kubigira umwuga. Iyija
kurisha ihera ku nama… Inyuma yo kubona ko inzoga zibujijwe (
kanyanga n’izindi) ziri mu ziteza indyane ku mutumba iwe, Saïdati yihaye
intumbero yo kurwanya ingendo y’uruhagarara rw’ingwano zikurikira akaborerwe.
Agira ati : «  biciye mu
nyigisho, ndakoranya abantu bose bo mw’ikaritiye ndongoye tukaganira ku ngaruka
mbi ziterwa n’urwo ruvange rw’inzoga zibujijwe. Hari n’abahora bazenga bamaze
kunshingira intahe ko bazisezereye ». Mu vy’ukuri, aho muri komine Ntega, inzoga
zinyobwa ukuri kwamye no mu mwanya w’akazi. Claver, umwe mu bahoze bakunda
kwihereza kuri nzoga, yashinze intahe avuga ko igihe atari bwaronke impanuro za
Saïdati yari abanye  nabi n’umugore
wiwe.  Agira ati : « Igihe cose
naronka amahera ikintu ca mbere nabanza kwiyumvira kwari ukuja kuyanyweshwa
inzoga mu kirabo. Ariko kuva aho numviye akamo ka Saïdati, ubu mu rugo tubanye
neza ». Nkuko abajejwe intwaro babivuga, inguvu
Saïdati yakoresheje ngo ntizapfuye ubusa, kuko hari abariko barahindura
ingendo. Biciye mu migwi y’umutekano ihurikiyemwo bose, abahora benga
n’abihereza inzoga zibujijwe  bose
barafashwe bikaba vyemezwa n’indongozi. Maze iyo ndongozi ikagira ati : « Ivyo twashitseko vyose tubikesha
Saïdati umukenyezi w’imboneza yafashe ingingo yo kurwanya inzoga
zibujijwe ».
Urwaruka rwo mw’ishirahamwe CPAJ rwaratahuye ko kwibeshaho bishoboka
Biciye
mu gufashanya, ukuguranana hamwe No mu bikorwa rusangi, abanywanyi b’urunani
rw’amashirahamwe yishinze guteza imbere urwaruka CPAJ rwo muri komine ya Ntega,
bashaka kwitegurira kazoza kabo.  Urwaruka rwo muri Ntega ntirwigeze rurera
amaboko ngo nuko rutaronse akazi rwigiye. Ahubwo rwagiye hamwe rwiteza imbere.
Biciye mu bikorwa abanywanyi b’ishirahamwe CPAJ barangurira hamwe, bararonka
uduhera duke duke tubafasha kwiziganiriza, nayo inyungu bakayigabana hagati
yabo ndetse n’abatishoboye bagafashwa. Nadine Ndayisenga umunywanyi w’iryo shirahamwe
agira ati : «Turamaze kugura impene »,
yongerako ati : « Nizavyara
zikagwira, duteganya kwagura umugambi mu kuronsa imyagazi abandi banywanyi
b’ishirahamwe». Nkuko bimenyeshwa na Claudine, umunywanyi
w’ishirahamwe CPAJ, agira ati :« Mu mafaranga
y’ingurane nahawe mw’ishirahamwe, naciye ndayakoresha mu kurangura imikunga
y’ibitoke, kuva muri aya mezi aheze ndashobora kwigurira ivyo nkeneye ».
Bamwe mu banywanyi b’ishirahamwe  CPAJ
baracari ku ntebe y’ishure. Nadine agira ati : « Abo banywanyi bakiri kw’ishure bafashwa n’ishirahawe. Hageze gutangura
ishure , ishirahamwe ni ryo ribaha amakaye n’ibindi bikoresho vy’ishure
vya nkenerwa». Aha rero yongerako ati: «  Naho bimeze uko, nta yandi mikoro dufise atari uduhera dukura
mu dukorwa dukora, ni naco gituma dusaba abagiraneza kutuba hafi no
kudushigikira ».  CPAJ,
mwizero wa kazoza keza  Iryo shirahamwe rigizwe n’abanywanyi 20
riramaze gukora ibitari bike. Abanywanyi baririmwo barateye iteka komine Ntega.
Audace aba ku Ntega, agira ati :
« Ni urwaruka rw’akarorero mu kibano. Mpora ndarubona ruri mu bikorwa
rusangi, uko rushigikirana n’ingene rufashanya biraboneka ko kazoza karwo ari
keza ». Si we gusa n’umwe mu bavyeyi barereye mw’iryo shirahamwe agira
ati : «Umukobwa wanje yari
yahebeshejwe ishure n’indwara. Yararonse ingurane mw’iryo shirahamwe CPAJ aca
adandaza imboga n’ivyamwa, ubu aradusahiriza mu muryango ».  Mu kurindira  ko batangura iyindi myuga nko kujisha intaro
hamwe no kujisha ibiseke n’inkoko, abanywanyi b’ishirahamwe CPAJ basaba
gushigikirwa n’abanyamitahe.
Epitace: umugabo si urucumu…
Epitace Nijimbere, imboneza mu rwaruka yatowe n’urunani rw’amashirahamwe y’urwaruka ruri ku kivi (REJA) ku bw’ibikorwa vyiwe vyiza akora vyigaragaza mu kibano c’i Bugabira. Ingoga n’ukutadebukirwa mu vyo akora niryo shimikiro ry’ibikorwa vyiwe. Epitace afise imyaka 22, uyu muhungu arangije amashure yisumbuye, abona ibintu mu buryo butandukanye n’ubw’urundi runganwe rwiwe. Nimba urunganwe rwiwe rugendera kwa za mvugo zigira ngo uwize akira isuka, Epitace we si uko abibona. Gufata isuka akaja kurima kuri we nta co bimutwara. Mu gatwengo kavanze n’agahemo agira ati : « Mu vyukuri, bamwe mu bagenzi twakuranye barantwenga iyo bambonye ku mugoroba nitahiye ibirenge vyuzuyeko uburimiro n’uduhuzu tutakimenyekana kubera intuguta ».
Yongerako ati : « Nta co bintwaye, iciza nuko umwe wese acungana n’ubuzima bwiwe. Ivyo bavuga vyose ndavyima amatwi kuko ico nshaka gushikako ndakizi ». Ivyo yaciyemwo Iyo umuntu abaye umunyabwenge kuri bagenziwe, abamwegereye cane baramutamarira bakamushimagiza cane. Kuba Epitace abantu bamuzi neza kandi ari umunyengoga kuva mu buto bwiwe, bituma aguma aronka abamwizigira bakamushigikira mu bikorwa vyiwe. Akarorero n’aka sewabo yashoboye kumwihera akazu yoshiramwo ikirabo. Epitace agira ati : « Jewe natanguje umutahe muto w’amafaranga y’amarundi 100.000. Buhorobuhoro abanshorera batinda baragwira. Ivyo nkora biriko bigenda neza cane kuko ndamaze kwigurira ibibuguru vy’ingurube bine navyo bikaba vyaranavyaye. Ubu mfise ibibuguru vyinshi ntonashobora kuragira kuburyo nahisemwo kubibitsa incuti n’abagenzi kugira nabo baze barironkera umwavu ». Imboneza mu Kibano Bamwe mu batoye ikibazo ca Reta kibaha uburenganzira bwo kuja muri Kaminuza bamara umwaka wose bayenzera. Inyuma y’imyaka 13 canke irenga wicaye ku ntebe y’ishuri, usanga uwo mwaka wo kurindira kuja kwiga muri kaminuza ari akaryo barose ko kwirirwa bitaragaje ku kazuba gusa. Iyo nzira Epitace we akaba yaramaze kuyizibira. Kuri we ntavyo kuryamira canke ngoyirirwe mu mpari zitaja ntizize. Kuzindukira mu mirima no gutaha ashikira mu kirabo ciwe ni vyo aha agaciro gusa. Umwe mu babanyi biwe agira ati : « Ni akarorero keza urwaruka rwacu rukwiye kwigana, rutegerezwa kuguma i muhira kandi narwo rukarondera ivyo rukora nkuko na Epitace abikora. Nimba we akora akunguka, kubera iki abandi bo batobikora»?
Epitace azoshikanwa i Bujumbura n’ukwiga Kaminuza, agira ati : « Mu kurindira ko nja muri Kaminuza, nzoba ndagumye ku gatumba nikorera ivyanje kugira mbe ndarondera ibizomfasha kubaho ninashikayo ».
Agahogo k’abarundi mw’ihiganwa mpuzamakungu ry’indirimbo nyafirika
Uburundi bugiye kwongera kwifadikanya n’ibindi bihugu vya Afririka mu kwitabira Isabukuru igira 13, ihuza abaririmvyi b’imboneza mu gutsimbataza akaranga nyafirika(Sica) izobera mu nyubakwa ndangakaranga y’i Conakry mu gihugu ca Guinée kuva ku wa 22 gushika ku wa 28 ndamukiza 2019. Umuririmvyikazi Bérénice Irumva batazira «The Bell» ashigikiwe n’uwutwara ivy’imfatakibanza ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi Kwizera Freddy azwi kw’izina rya «Botchum» hamwe na Risasi Amissi bita «Amipro» ni bo bagiye guserukira Uburundi i Conakry mw’isabukuru igira 13 ry’indirimbo ndangakaranga ka Afirika. Nkuko tuvyiganirwa na  Irumva Bérénice, avuga ko hari haheze imyaka ine ikurikirana Uburundi butitabira iyo sabukuru bivuye ku kibazo c’uburyo bwo kwiyunguruza mu ndege cari gihari. Abaririmvyi ndangakaranga bakaba bagiye guhurira hamwe mu kwerekana ishusho y’ibihugu baserukira kuko biciye mu ndirimbo zabo, barerekana ingene abenegihugu babayeho, barigisha, barahanura kandi baranaruhura. Amamuko y’isabukuru Sica Isabukuru Sica yatanguriye  muri Bénin mu mwaka w’ 1997, yitwa Bga ( Benin Golden Awards) aho baraba abaririmvyi barusha abandi kuririmba indirimbo ndangakaranga ku gihugu ca Bénin. Ku ncuro ya kabiri mu 2002 i Cotonou, ni ho yaca yitwa Sica ( Stars de l’Intégration Culturelle Africaine) abaririmvyi b’imboneza mu gutsimbataza akaranga nyafirika biciye mu ndirimbo za none zifise itsitso ku mico n’imigenzo iranga ibihugu vya Afirika. Kwerekana no guteza imbere ingabire z’abaririmvyi ndangakaranga nyafirika akaba ari vyo bashimikako cane, hadasizwe inyuma guhuriza hamwe abanyafirika mu butandukane bwabo bw’imico n’imigenzo ibaranga. Ni akarusho akahe kari mu kwitabira isabukuru Sica? Freddy Kwizera arongoye ivy’imfatakibanza ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi, agira ati: «Akarusho ni kanini cane kuko kaba ari akaryo keza abaririmvyi bo mu bihugu bitandukanye vya Afirika bahurira hamwe bakayaga ku bijanye n’umuziki nyafirika, kwerekana no kurimbura intambwe abandi bagezeko mu kwigisha no gutsimbataza akaranga k’ibihugu bakomokamwo, eka mbere baranarahuriranira ubuhinga n’ibikoresho bakoresha mu muziki». Yongerako ati : « biratuma abaririmvyi barabiranirako uburyo bitunganije hagati yabo bakabona ivyo guhindura, ivyo kuryohora n’ivyo bogumana». Irumva Bérénice amenyesha ko akaranga k’igihugu gafise akamaro kanini mu guhuza no gushira hamwe abantu bo mu bibano bitandukanye basanzwe bakora n’ibikorwa bitandukanye. Akarusho ko kwitabira iyo sabukuru Sica na we nyene amera nk’uwushimangira ivyavuzwe na Kwizera Freddy. Irumva agira ati : « Ni iteka ku gihugu kuko ibendera y’igihugu cacu c’Uburundi izoduzwa ihungabane mu makungu, gutyo abantu bazobona ko Uburundi bufise ico kwereka abandi, kandi ko bufise ico boburahurako. Ikindi ni uko hazobaho ibihembo bizohabwa igihugu biciye ku baririmvyi bazoba baserutse». Yamenyesheje kandi ko indirimbo  yiwe yise « Iwacu » ari yo yatowe ngo izerekane ishusho n’akaranga k’abarundi i Conakry mu gihugu ca Guinée. Agira ati :   « Numva ndi n’umunezero n’iteka kuri jewe no ku gihugu canje ». Ciza Bernad azwi kw’izina rya Bashiri Yano Indundi akaba ari umuririmvyi ariko araduga mu muziki ndundi, arishimira cane kuba indirimbo  «Iwacu» ya Bérénice Irumva  yaratowe ngo iseruke mu makungu. Ciza Bernard agira ati: «Indirimbo « Iwacu» ya Irumva irimwo amajambo yubaka abarundi, kandi ituma akaranga kacu kaguma kaboneka gutyo bigatanga icubahiro ku muririmvyi no ku gihugu». Isabukuru Sica ni isoko ryo gukomeza amahoro n’ubumwe mu banyafirika, ifise ihangiro yuko buri mwaka hoza haratunganywa amahiganwa ndangakaranga mu bihugu bitandukanye vya Afirika gushika no kw’isi hose biciye mu ngabire zitandukanye z’abaririmvyi b’indirimbo ndangakaranga za Afirika.
«Ifumbire FOMI imbura yaratanzwe ku rugero rwa 92%»
Umushikiranganji w’ibidukikije uburimyi n’ubworozi Déo Guide Rurema amenyesha ko muri rusangi ifumbire yo mu bwoko bwa «imbura», «totahaza» na «bagara» imaze gushikanwa mu banyagihugu ku rugero rw’ibice 81,2%. Na yo imbura gusa, ari nayo ikenewe muri iki gihe c’irima ry’impeshi imaze gushikanwa mu banyagihugu ku rugero rw’ibice 92%. Kuri uwu wa kane igenekerezo rya 5 ntwarante 2020, umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi mu Burundi Déo Guide Rurema yahaye ikiganiro abamenyeshamakuru mu ntumbero yo kubeshuza urukurukuru abantu birirwa barakwiragiza rutari rwo ruvuga ko ifumbire ya FOMI yabuze itagitangwa. Umushiranganji
ahejeje gutanga ibiharuro vy’ingene ifumbire yatanzwe yaciye asaba abarimyi bamaze
kuyironka mugabo bataratera imbuto ko bokwihuta kugira ntibarare umwaka. Anahumuriza
abarimyi batarayironka kandi barayisavye ko igiye kubashikira vuba kuko
ubushikiranganji buguma bubikurikirana. Déo Guide Rurema yamenyesheje ko no mu ntara zirimwo abarimyi b’umuceri nka Bubanza, Kayanza na Ngozi ko hariko harajanwayo ifumbire yo mu bwoko bwa «totahaza» na «bagara» kuko ari yo bakeneye cane kugira bayishire mu miceri yabo gutyo ibandanye gutotahara. Ifumbire itangwa iranyuruzwa Uyo
mushikiranganji avuga ko hari imigwi y’abantu bashaka gufata inyungu zabo
bakaziteranya n’ingorane z’abarimyi kugira babungukeko umurengera. Agira ati:
« Hari abaja imbere y’abanyagihugu bagakoka
ngo ni bakome induru ko ifumbire itabashikiriye kugira ibe inzira yo
kuyinyuruza. Abo rero usanga ari abadandaza bahenda abarimyi bakabaka udupapuro
«amavocha» batorerako ifumbire hama bakabahendesha 1000fbu, bagaca banabasaba
amakarangamuntu yabo kugira abe ari bo baja kwitorera iyo fumbire
bakayinyururiza mu mazu yabo.  Iyo
fumbire ni yo bagaruka bakagurisha ku mafaranga y’umurengera aho agafuko ka
25kg kava ku 29000fbu kagatangwa ku 60000fbu mbere hari n’aho gashika ku 120000fbu». Déo Guide
Rurema yanamenyesheje ko mu karere Uburundi
buherereyemwo ata gihugu na kimwe gitanga ifumbire izimbutse nk’iyiva mu
Burundi. Kandi ngo ni ifumbire y’akanovera mbere inafasha kubungabunga
ibidukikije. Kubw’ivyo ngo hari abadandaza bo mu ntara ya Muyinga, Rutana na Ruyigi
begeranya iyo fumbire kugira bayigurishe mw’ijoro bongera bayijabukana imbibe
z’igihugu c’Uburundi mu buryo butemewe n’amategeko. Umushikiranganji ati: «Bafashwe bazohanwa vy’akarorero hisunzwe
amategeko abigenga». Uyo mushikiranganji rero kubera ko yemeza ko ifumbire ihari kandi iriko iratangwa, amenyesha ko bagiye kuyikurikirana kugira bamenye nimba ifumbire iri mu mirima canke iri mu mazu y’abantu. Akamenyesha ko, ifumbire ifashwe ic’ihabwa abanyagihugu bari aho hama abafashwe bagaca bashengezwa.
Ibiterwa muri kahise k’Uburundi
Amayagwa avuga ibijanye n’ Uburundi bwa ba sokuru aha ikibanza kinini ubworozi bw’inka ivyo bigatuma tutitwararika kumenya akamaro k’uburimyi n’ikibanza bufise mu kibano, ico uburimyi bwagereranya ku ntwaro ya cami n’ico abakurambere babwiyumvirako. Imbere yo kuvuga ku bijanye n’ibiterwa vyakomotse muri Amerika,
nk’ibigori; ibijumbu n’ibiharage, ivyo na vyo bikaba  vyashitse mu Burundi nko hagati y’impera
y’ikinjana ca 18 no mu ntango y’ikinjana ca 19, reka tubanze tuvuge ibijanye
n’ibiterwa kama vyo muri Afirika. Ivyo na vyo ni: amasaka; uburo n’ibihwanya. Amasaka ari mu bwoko butandukanye. Hari amasaka usanga atukura n’ayandi
y’umweru. Amasaka n’igiterwa kirinda amahindagurika y’ibihe, canecane iyo ari
igihe c’uruzuba. Akarorero gato kerekana ko amasaka arinda uruzuba nuko
ubushakashatsi bwerekana yuko igihe hatera ikiza c’inzara mu mwaka w’1928,
ibice 60% vy’amasaka vy’arokotse uruzuba rwari rugisibije ico gihe. Amasaka
yarimwa mu kwezi kwa kigarama, agashwaburwa mu kwezi kwa mukakaro. Mu Burundi
bw’aho hambere, mu mpera z’umwaka, mu kwezi kwa kigarama kw’iki gihe, umwami
n’iwe yugurura ibirori vyo kubiba amasaka. Uburo na bwo nyene buri mu binyantete, bwaterwa mu kwezi kwa nyakanga bukageswa mu kwezi kwa ndamukiza. Ibihwanya vyo mu bwoko bw’imyungu barabifungura, imihiti  na yo yakorwamwo ibirende n’ibisabo kandi vyaterwa impande y’urugo. Imigirwa y’abarundi ifatiye ku mfungurwa Ivyo biterwa vy’uburo, amasaka, ibihwanya, isogi hamwe n’igitoke
vyarakoreshwa cane mu migirwa y’ukwambaza kiranga, mu migirwa yo kubandwa ( aho
cazira kikaziririzwa kurya ibiharage), canke mu bijanye n’imigirwa yari yemewe
i bwami( nk’aho bavuga ko umwami yavukana imbuto). Uburo n’amasaka na vyo nyene vyarakoreshwa mu migirwa imwimwe yakorwa
ijanye  n’uburimyi. Uburo babujana
kububiba mu murima babuvanze n’umunyota wo mu ziko wavuye ku bisobanywa
vy’urugo vyacanywe muhira, amasaka na yo bayajana kuyabiba bayavanze n’umunyota
wo mu gicaniro c’inka. Ababa bariko barabiba co kimwe n’abariko barubaka
barasaba imana ngo ibarungikire inyamanza(inyoni y’imana) nk’ikimenyetso
cerekana ko ivyo bariko barakora bihezagiye. Imigani ishingiye ku biterwa Mu migani myinshi baca, berekana ko ubutsima ari yo ngaburo ibereye. Mu
gihe c’amapfa, imigani y’abarundi ivuga ko abantu baca baja kurondera aho
bokura uburo canke amasaka. nk’akarorero,
hari umugani baca w’umugabo yahuye n’urukwavu batazira «rwamaheke», ico
gihe inzara yari yateye ruca rumubwira ruti: «zana ico giseke». Hanyuma
rushiramwo umurizo ruramukungutira urubere mu kanya isase igiseke kiba  kiruzuye. Mu mitima y’abarundi b’aho hambere,
ahantu himbuka cane amasaka bavugako hatunze kandi ari heza kuba. Ariko mu tugani n’ibisokozo, imico y’abarundi ntivuga cane imigirwa
n’imigenzo y’ibiterwa vya kera, ahubwo ishimangira ivyerekeye ibiterwa bishasha
mbumbarugo vyazananye ahandi. Aho usanga hari ibintu bitari bike vyanditswe ku
giterwa kimwekimwe bica irya n’ino uruhara rwaco mu gusahiriza mu vy’ubutunzi
mu miryango. Ivyanditswe ku buro bivugako ari igiterwa c’ikinyantete gitangaje
cane, gifise intete nyinshi, kandi ico giterwa nticigera gikura ngo gishikire
ikireho c’umurimyi yagiteye, n’umurimyi akaba atoshobora guharura intumba
(intete) zikigize.   Na yo amasaka, akwiragiye mu kibano, atsimbataza igikorwa, akarwanya
ubunebwe kandi akunga ubucuti mu bantu: «Imvura uko igwa ku masaka, yerekana
ubucuti buri hagati mu bantu». Ibihwanya ngo ni vyo mu muryango, ni nk’umuvyeyi akurikiwe n’abana biwe. Igiterwa c’igiharage, n’igiterwa c’ikwije mu nsanganyangaburo uwo ari we wese adakwiye kwirengagiza. Ikigori cerekana ukurwira, canke ubutunzi. Kigereranywa n’abavyeyi bahetse abana babo. Igitoke na co kigereranya ugutsimbatara, ugushikama kwa nyene itongo. Ubucuti buri hagati y’imfungurwa n’ibinyobwa mu Burundi bwa kera Ibitandukanya ibiterwa vya kera n’ivy’ubu nta bwo bifatiye gusa ku
vyiyumviro  bijanye n’ubutunzi, biravana
kandi n’imigirwa ifatiye ku gufungura n’ingene bikoreshwa mu miryango. Ibiterwa
bikomoka muri Amerika: ibiharage, ibigori, ibijumbu vyarinjijwe mu bifungurwa
vy’abarundi, ariko impeke zikaba zagiye zirakoreshwa mu kwenga inzoga, ni
ukuvuga ko impeke zivamwo inzoga  ihuza
abantu bo mu kibano bose gusumba uko zifungurwa mu muryango. Inzoga ikaba rero
ihuza canecane abagabo gusumba abagore, yunga ubucuti mu babanyi, ubwumvikane
canke imigenderanire, inzoga irakora no mu bijanye n’intwaro. Mu kinjana ca 19 ingo nyinshi zari zibeshejweho n’ibiharage vyarimwa
kandi bigatekwa n’abagore, ariko ikirimba c’abatware canke c’Umwami caguma
gikikijwe n’umurima w’amasaka. Cari igiterwa cerekana ukurwira n’ubushobozi.
Ikoreshwa ry’amasaka ryagiye kugabanuka kuva mu gihe c’ubukoroni, aho
hahindurwa ibijanye n’uburimyi bashaka ko ibiharage n’ibitoke ari vyo vyoshirwa
imbere, ivyo bikaba bifatiye ku mahinduka yabaye mu vy’intwaro, imibano
n’akarangamutima.
Umwihwezo ku mfungurwa zigaburirwa abantu bari hamwe
Mu bona gute hamwe twotereza akajisho ku bifungurwa bitekwa ku mashure y’uburaro, ku mashure y’akarorero, mu bigo vya Kaminuza canke  vy’igiporisi n’igisoda?   Biroroha cane kuganira n’umurundi ibijanye n’ibinyobwa anywa, ariko kwubahuka kumubaza ivyo afungura bisa n’ugushira isoni. Ku bijanye n’ivyo abaporisi n’abasoda bafungura, ho ni ibindi. Ntibivugwa.
Imfungurwa
z’abajejwe umutekano
Umuceri n’ibiharaga ku murango, ibiharage n’umuceri mw’ijoro.
Iyo ni yo mfunguro ntabanduka ku basoda kuva ku munsi wa mbere
bijiriye gushika ku munsi wo gusohoka ikambi. Mu vy’ukuri,
ntibishemeye kwama ku mfungurwa imwe, ariko ukwo iminsi ihera ni ko
tubimenyera»,
vyemezwa n’umusirikare amaze igihe kuri iyo mfunguro.  Abasoda bamwebamwe akenshi izo mfungurwa ntizikunda kubagwa neza. Baca bishira mu migwi y’abantu batanu canke batandatu bakariha umukozi kugira iyo imfungurwa zibonetse ace azibarungira amavuta n’igitunguru. Ariko ku baba bari mu mabanga y’akazi, amasaha yo gufungura ashobora gushika atariho bari, ibifungurwa vyabo birabikwa bagashobora kuvyitegurira bo ubwabo.
Amagarama
300 y’umuceri, amagarama 400 y’ibiharage, amagarama 200 y’imboga,
amagarama 250 y’inyama zirimwo amagufa, igarama 100 z’umunyu,
igarama 150 z’isukari, igarama 150 z’ibiyoba, igarama 300
z’ubushaza, igarama 100 z’umukate,… ivyo ni vyo vyanditse
kurutonde rudonda imfungurwa umusoda yandikiwe nkuko bimenyeshwa
n’umwe mu basoda batanze inkuru. Ariko wihweje ivyanditswe ku
rutonde rw’imfungurwa n’izo bafungura ubu, bisa nk’ibitandukanye.
Imboga
z’imashu zasubirijwe n’irengarenga biterera mw’ikambi, na yo
inyama z’irimwo amagufa zasubirijwe n’izo mudukopo bahabwa
nk’imfashanyo n’igihugu c’Ubushinwa( udukopo tune mu kwezi). Na
yo ku bijanye n’icayi n’umukate, haheze imyaka 18 ata n’umwe
azi  ingene bimeze.  Hoba hari ico uzi ku vyo abaporisi bafungura? Uwo twabajije yemeza ko ifungurwa z’abaporisi zihakwa gusa n’iz’abasoda kiretse hamwehamwe. Agira ati: « ubwiza n’ubwinshi bw’imfungurwa bivana n’ubutore bw’umukuru wabo». Pages : 1 2
Ntiwokwicirwa n’inzara mu gisagara ca Ngozi
Ngozi
ni igisagara ca gatatu mw’iterambere aha mu Burundi inyuma
y’igisagara ca Bujumbura na Gitega. Abashaka gufungura ntibavunika
iyo bari mu gisagara ca Ngozi kuko inzu z’uburiro, ubunywero,
amahoteri, biri hose muri ico gisagara kandi nka hose bateka ubwoko
bwinshi bw’imfungurwa.
Ku
wa kane igenekerezo rya 4 ndamukiza igihe c’isaha indwi n’igice,
umugwi w’abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Jimbere ni ho twashika
mu gisagara ca Ngozi. tuhashitse turabaza abari aho duti: « Ni
hehe twofungura hameze neza »?
Na bo bati: «
Ni mwaba mushaka imfungurwa zimeze neza, nimuje kwa«Mama tantine».
Mbega ukuntu abo bahungu batwakiriye neza! Umwe muri abo bahungu aca
aratujana gushika ahari inzu y’uburiro. Mu vyukuri, iyi nzu
y’uburiro yanditseko «Fildaus» iri hambavu y’umusigiti nko ku
metero 50 uvuye kw’isoko nkuru. Muri ubwo buriro, abantu baguma
basunikana kugira baronke aho bicara. «
Ni mwinjire, haracariho ivyo gufungura: umuceri, ipilawu, ibiharage,
ubwishaza, ifiriti, ifi, ubutsima bw’umwumbati, inyama ku
gitunguru,kw’isosi,…» izo
mfungurwa zose zadondagurwa n’umukozi ahakora yitwa Céleste
Nganji.  Ku mutaga, abafungura kwa «Mama tantine» bakunda gufungura ubugari bw’umwumbati ku nyama n’isosi. Shabani Mossi, akunda gufungura aho, agira ati: « Bateka neza, barafise akabirya ugereranije n’ubundi buriro buri hafi y’aha. Aha, uraronka ico ushaka kandi ku mwanya uziyeko wose. Ni uburiro bw’akarorero kandi banakira neza abantu». Twihweje ubwoko bw’ifungurwa zitekwa aho, twasavye ibitandukanye, tugize turatamira: « Yoo, mbega ukuntu biryoshe»! Umengo ntiwohava.
Bukeye
bwaho, imbere yuko tuduga mu ntara ya Kirundo, twabanje guca kwa
«Mama tantine», ngo twihereze icayi, umukate canke umurete w’amagi
nkuko dusanzwe tubimenyereye mu buriro bumwebumwe bwo mu gisagara ca
Bujumbura, ariko siko twabisanze. Aho kuri «Fildaus», no mu gatondo
batanga imfungurwa nk’izo ku murango. Bamwe mu bahafungura
bahitamwo gufungura: umuceri, ibiharage, imboga n’inyama, abandi
bagafungura igitoke gitetse hamwe n’ ‘amakaroni’, abandi na bo
bagafungura ibiharage n’icapati. Fatouma Murekatete nyene ubwo
buriro, amenyesha ati: «Benshi
mu bafungurira ngaha bakora ibikorwa biruhisha, ni yo mpamvu
bahitamwo gufungura ibifungurwa bibafata mu nda». Gushika
igihe c’isaha z’ine imfungurwa zo mu gatondo ziba zigitangwa.
Murekatete yongerako ati: «
Iziko riguma ryaka gushika ku mugoroba. Dushaka ko atawufungurira aha
abura ico afungura kandi ku mwanya wose ashakiye».
Ivyamwa
vyo gute?
Ucinjira
Fildaus, uhasanga ivyamwa vy’ubwo butandukanye: imicungwa,
amatunda, ‘ipasiteke’,  imavoka, amabungo n’imihwi ku bwinshi.
Ariko ivyamwa bafungura usanga bitandukanye bivanye n’imfungurwa
bafunguye. «
Abakunda ivoka baba bariko bafungura umuceri, abandi n’ubwo atari
benshi basaba imvange y’ivyamwa. Abenshi mu badushorera usanga bari
mu myaka yitereye», bivugwa na
Nganji umwe mu bakozi bo ngaho.  Nganji abona ko ivyamwa bidahurumbirwa cane. Agira ati:« Bake ni bo basaba ivyamwa iyo baheje imfungurwa canke imbere yo gufungura. Bavugako ivyamwa ari ivy’abana bagikura, kandi ko bibazimbira ubusa. Ariko barihenda. Jewe nibaza ko ivyamwa bifise akamaro kanini cane ku magara y’umuntu gusumba mbere n’inyama».
Ivoka, icamwa kiza kw’isonga i Gitega
Ku
murwa mukuru mushasha w’Uburundi, ivoka ni irya mbere. Ni icamwa
gifungurwa n’abantu benshi baba abo mu gisagara canke abo mu
mitumba. Ivoka ni co camwa abantu bo mu ntara ya Gitega  birukira
kuko gifungurwa mu ndya nka zose.
«Abanyagitega
bakunda amavoka»,
iryo jambo ryari ryacitse nk’uruvyino  mu myaka ya za 90,
baririmba bakindaga imvukira za Gitega. bari mu kuri? Imbere
y’ukwinjira mu gisagara ca Gitega, ubona ibiti vy’inshi
vy’amavoka bikikije umugwa mukuru wa politike. Ku gasoko ko mu
Magarama, amavoka ni yo yiganje mu kibanza kidandarizwamwo ivyamwa.
Eka mbere no mu mazu y’idandarizo uyasangamwo.  No mw’isoko nkuru ya Gitega, amavoka ni rya nawe. « Barayarima cane  ni yo mpamvu ahagwiriye», bivugwa na Claudine Mugiraneza umudandaza w’amavoka. Yongerako kandi ati: «Nazanye ikivumvu cuzuye amavoka cumi na zibiri z’igitondo, hageze satatu caheze. Ubu ndiko ndacuruza ikivumvu ca kabiri. Nka sasita ndazi ko nshobora kuronka inyungu y’amafaranga y’amarundi angana n’3000, Umunsi uzaguhera ndonse nk’ 5000. Kuri jewe mbona ari urudandaza rwunguka»
Abo
mu makaratiye na bo nyene ivoka ribarwa neza. Turi sahindwi
z’umurango, ku rugo rw’uwitwa Balthazar Ntimpirangeza, aba muri
karatiye Shatanya. Wari munya wo gufungura, aca atujana mu nzu ngo
dusangire. Ariko imbere yo gushika mu cumba bafunguriramwo, yabanje
kutubaza ati: « Murazi
ko mu mico y’abarundi kizira kuvuga ivyo wafunguye»?
Aca aratwinjiza. Tugeze ku meza, «asanga
nta voka rihari».
Yahamagaye umukozi wiwe Gaspard amukankamira ngo amuzanire amavoka
kuko yari yayatebanye. Ni ko kutubwira ati: « Iwacu,
ivoka ni ntahara mu vyo dufungura. Mu gatondo dufungura umukate
n’ivoka. Ariko, abana bayakunda cane ari mu mfungurwa».
Ibifungurwa
mu buriro bw’i Gitega
Inzu
z’uburiro zirahagwiriye cane. Muri Karatiye Swahili ziharurirwa mu
macumi. Marina Muco twasanze ku buriro buri aho bwanditseko  «Al
Huda» yatubwiye ati:«
Barazikunda kuko ziteka ibifungurwa bitandukanye. Umuntu arihitiramwo
ico ashaka. Jewe ubwanje ndakunda ingene bateka ipilawu n’inyama ku
gitunguru».
Muri
iyo nzu y’uburiro, intebe zose zari zafashwe. Abenshi mu bariko
barahafungurira, bafungura ubugari bw’imyumbati n’inyama. Mohamed
Ntuyahaga ajejwe ubwo buriro avuga ko abahafungurira batandukana
bivanye n’ivyo bakunda, amakaratiye bavamwo hamwe n’ingene
babayeho mu buzima bwa buri munsi. Agira ati: «
‘Abaswahili’, bakunda gufungura ubugari bw’imyumbati n’inyama,
ariko abandi baza bikundira umuceri, igitoke, ifiriti,
imvange,…kandi bose tubafata nk’abakwe».
Mu
buriro bw’abifise. Muri « American corner» ho, ni urundi rwego.
Imeza zitonze neza, kandi abahaza baza baboneka neza. « Aha haza
gufungura abakozi bo mu mashirahamwe mpuzamakungu, ONG. Muri make
haza abize bifise».
Abahafungura
nka bose, bafungura imfungurwa zitagira amavuta menshi. Bamwe usanga
bariko bafungura ubugari bw’ingano ku biharage n’imboga, abandi
na bo ugasanga bariko bifungurira umuceri n’ibiharage bivanze
n’igitoke n’irengarenga. «Abafungura
ubugari bw’imyumbati ngaha, ni imparurwa».
Bivugwa n’umukozi w’uburiro « American Corner».  Kubijanye n’ivyamwa, umukozi wo muri ubwo buriro agirati: « Abahaza bakunda imvange y’ivyamwa vya ‘pasiteke’, ipapayi, imyembe, amatunda be n’imihwi.
Umwimbu w’agatasi wa 2019-2020: «Ibintu vyifashe neza ariko ntakuryama umukondorazosi»
Kiretse ibiterwa bimwe bimwe biri mu mugwi w’ibinyamikerera nk’ibiharage bisanzwe bitarinda amazi menshi, umwimbu w’agatasi k’umwaka wa 2019-2020 wagenze neza nk’uko vyemezwa n’ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije. Naho biri uko, bahanurwa kutawigina ngo bawusesagure…  Ubwo
bushikiranganji bumenyesha ko umwimbu w’agatasi wimbuwe ku rugero rwiza cane,
nk’uko bwavyiboneye ku rubuga, bigizwe ahanini n’ibinyantete (ibigori, umuceri)
eka n’ibishorera mu kuzimu (ibiraya, ibijumbu, imyumbati n’ibindi). Ku
biharage ho, biturutse ku mvura nyinshi yagiye iragwa muri ico gihe c’irima,
ngo abarimyi nta co bashoboye kuhanoba. Ariko ngo hari icizere c’uko igihe
gikurikira hazoba akarusho, nk’uko umushikiranganji Déo Guide Rurema avyizigiza
abarimyi yisunze ivyigwa vyakozwe n’abahinga b’ivy’ihindagurika ry’ikirere. Ariko rero… Uwo
mushikiranganji ashikiriza ko bimaze kugaragara ko iyo umwimbu wabonetse abanyagihugu
bawigina, maze bakawiyariramwo abatawugurishije bakawengamwo inzoga zitanemewe
n’amategeko nk’umugorigori, umudiringi n’izindi. Akabahamagarira kwikebuka
bagaheba iyo ngendo. Hari
n’abandi rero baba bakibona umwimbu wa mbere, bagaca batangura kuwushorera hanze
mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi, biciye mu nzira zinyuranye n’amategeko.
Abo, bakagabishwa ndetse n’ibihano bakazobihabwa baramutse bafashwe
babirenzeko. Abadandaza bikika mu kiza bakarangura umwimbu mu banyagihugu ku giciro kivuna ku kugira ngo bo bazoce babishorera hanze y’igihugu biyegeranirize agafaranga gatubutse, ngo bagiye gukurikiranirwa hagufi uwufashwe ahanwe n’amategeko kuko bisa n’ugupfukama abarimyi mu nda. Hari ivyo ubwo bushikiranganji
bwirata Kuba
umwimbu wagenze neza muri rusangi, ntivyashitse ku gihamana. Déo Guide Rurema,
amenyesha ko ari ivyamwa vy’ukuboko reta y’Uburundi yashizemwo ibicishije mu
bushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije mu kuronsa abanyagihugu
ifumbire, imbuto zirobanuye hamwe n’imiti y’ibiterwa ku giciro kitavuna. Ikitokwibagirwa, ni uruhara rw’abarimyi bo bakoranye umwete udasanzwe mu kurima bakurikije inyigisho z’Ubushikiranganji biciye ku bahinga basanzwe babakurikirana, bagakingira isi ndimwa mu guca imikobeko nayo imisozi ihanamye bakayitera ko ubwatsi. Umushikiranganji Déo Guide Rurema agahamagarira abarimyi guhora barima bisunga impanuro bahabwa n’ubushikiranganji arongoye. Umwimbu ubaye mwinshi cane na ho, reta y’Uburundi ifise umugambi w’uko izohora iwugura, hanyuma iwusubiza abanyagihugu batarinze kuvunika.
Gufungura ingaburo yikwije birashoboka mu mitumba?
Imfungurwa z’umurundi wo hasi, wo mu mitumba ya kure nka za Muruta, Bugabira, Cankuzo canke Giheta zitandukaniye ku tuntu duto. Bakunda gufungura ivyo birimira, kandi kuri bo, igikuru nuko bironkera ico barya, ibijanye n’akamaro k’imfungurwa, ntubabaze.  Ibi biri mu matohoza twakoze i Muruta mu ntara ya Kayanza no mu Giheta mu ntara ya Gitega. Kayanza,
intara izwi cane ko ibamwo abantu benshi kandi baguma biyongera uko
bukeye n’uko bwije. Muruta ni imwe mu makomine agize iyo ntara, na
yo ikaba irimwo ibiterwa bitari bike bitandukanye, ariko bitewe mu
mirima ubona ko iriko iratituka. Abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru
Jimbere barishikiye muri komine Muruta bagiye kuganira n’abenegihugu
ibijanye n’ivyo bafungura. Tuhashitse, D’Arie Ndarugirire
umukamakare w’imyaka 60 yatwakiranye urweze ku muhana iwe. Aca
ategura imfungurwa. Ni ho yagira ati: «
Mushitse hageze. Mu minota mike ndabafungurira».
Yakora ibikorwa vyinshi mu mwanya muto. Mu rugo iwe, hari abana
benshi, kandi avuga ko ari abiwiwe. Agira ati: « Ni
abuzukuru banje. Ndabafise ari 30. Harimwo rero abibera iwanje», aca
aratwenga. Samunani zuzuye neza, imfungurwa zari zihiye. Abana ni bo batangura gufungura imbere y’abandi. Yabagaburiye ibijumbu bihakwa kwuzura isani, harimwo n’ibiharage n’imboga z’amashu. Abana bari  buzuye akayabagu, mu vyukuri batebejwe n’ugukaraba gusa. Mu minota ibiri gusa, isahani yari isigaye yera, kandi ntibahaze. Wa mutamakazi aca abasohokanira amazi ababwira ati: « Ni mwakire amazi na yo musozeko». Ahejeje kugaburira abana, uyo mukamakare yatubwiye ko, afise umwitwarariko wo kugaburira umuryango wiwe hamwe n’abandi babayeho nabi bo mu kibano, ariko asanga uburyo afise butabimworohereza neza. Agira ati: « Ibijumbu ni vyo nirimira. Ibiharage nta vyo nsigaranye. Ivyo nari narasumye vyaraheze, kandi ntegerezwa gusuma ibindi ku mafaranga y’amarundi angana n’1300 ku kiro. Imboga ndaziterera mu karima k’igikoni, ntizigera zibura. Nipfuza kuza ndahindura ingaburo ariko uburyo ntibubinyemerera. Ariko n’ubwo biri uko, ndagerageza kuburyo hatigera haburako utuboga. Nibazako na vyo ari vyiza gusumba». « Dufungura ibibonetse » Muhira
kwa D’Arie, icayi co mugatondo ntikiboneka buri gihe. Agira ati:
« Hari igihe nteka icayi co mugatondo dukoza ibijumbu, ariko
sikenshi. Tumenyereye gufungura kabiri ku munsi, ku murango no
mw’ijoro». Kuri
we, icayi co mu gatondo si co cihutirwa muri iki gihe. Agira ati: «
Ibihe
vyarahindutse. Ubu umuntu arwana n’uko yofungura kabiri biba
bikwiye, kandi ababishikakako ni abatunzi. D’Arie,
ntakenye cane. Ararima kijambere, kandi aho aba, hari umurima
w’ibitoke, ibiharage, imyumbati n’uw’ibijumbu. Ariko n’ubwo
arima ubwoko butandukanye bw’ibiterwa, nta bwo vyerera mu gihe
kimwe. Agira ati: « Ubu, dufungura ibijumbu kuko ni vyo vyeze. Ibitoke na vyo, ndavyengamwo inzoga kugira ndonke amahera yo kugura akunyu, utuvuta n’agafu k’ibigori.  Rero, ku mutaga dufungura ibijumbu n’ibiharage, mw’ijoro tugafungura ubugari bw’ibigori n’utuboga ».  Avuga ko gufungura ingaburo yikwije canke guhindagura imfungurwa, kuri we bisa nk’ibikigoye.  Lazare Nzojiyobiri umwirimizi wo mu Giheta ku mutumba Nyamugari, na we nyene abayeho mu buzima bumeze kimwe n’ubwo kwa D’Arie. Nzojiyobiri, arubatse kandi avyaye kane. Avuga ko akora ibishoboka vyose, kugira umuryango wiwe uronke ingaburo yikwije. Bihinduka ku minsi mikuru I muhira iwe, bakunda gufungura imyumbati, ubutsima bw’imyumbati canke bw’ibigori, ibijumbu, isombe, n’izindi mboga. Mu vyukuri, igihe twamugendera ku muhana iwe, twasanze bagire baheze gufungura ibiharage n’intete z’ibigori zigeretsweko imboga. Izo mfungurwa ziheze, baciye bazana imyumbati ihoze yo guhekenya. Mathilde nyina w’abana, yatwakiranye akanyamuneza agira ati: « Ni mushike yemwe. Imyumbati ihoze mwohekenya ni yo dusigaranye. Ni mwumvirize ku vyo twirimira ino iwacu mu Giheta». Yaboneyeho akaryo keza ko kutwiganira neza ivyo bafungura. Agira ati: « Izo ntete z’ibigori mwabonye dufungura, burya twazisaruye mw’iyimbura riheze. Turiko turazimara mu bubiko. Nari narimbuye imyumbati, ibijumbu n’ibiharage, ubu rero twikora ku mboga z’amashu n’irengarenga ziri mu karima k’igikoni. Ni vyo duca tuba turafungura mu kurindira ko ibindi vyera. Aha ntidufungura ivyo dushaka, ahubwo dufungura ivyo twejeje. Umuntu aguma agwanagwana kugira ntabure amavuta n’umunyu vyo kurunga imfungurwa, nta kindi ».  Ku bijanye n’ivyamwa bafungura, Lazare agira ati: «Abana bakunda gufungura amavoka iyo ahari, kandi yo aranadandazwa cane kw’isoko». Imihwi na yo gute? Lazare avuga ashize amanga ati: « None irya twengamwo inzoga si imihwi? Bayirya iyo tugira twenge inzoga». Ku bijanye n’imfungurwa bafungura mu bihe vy’iminsi mikuru, Lazare  avuga ko bahindura ivyo bahora bafungura. Agira ati: « Namwe murabizi ko utogaburira umwana ibijumbu ku Noheri, utegerezwa kubatera iteka na bo bakarya umuceri n’akanyama, canecane ak’ingurube. Ni ukwinezereza. Kubera ko iminsi mikuru ari imbarwa mu mwaka, umuntu aba arayitegurira imbere y’igihe».
Ko igisata c’ikawa gisubiye mu minwe ya reta, hari akarusho ku murimyi ?
Isizeni ya 2019-2020 buca irangira aho bukera mu kwezi kwa Ntwarante, yibonekejemwo umwimbu muke: amatoni 47 845,6 Ku yababa 75 930 yari yitezwe. Muri ayo, hamaze kubonekamwo ikawa ishorwa hanze ingana n’amatoni 7 511,5. Iyimaze kugurishwa na yo ikaba ingana amatoni 6 254,2 ku mafaranga y’amanyamerika angana 15 221 142,69. Reta ishimye gusubizamwo akarenge ikurikiranire hafi ivy’ikawa y’i Burundi. Vyashikirijwe kuri uwu wa 29 Nzero, aho Ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije bwari buramutse butanga ikiganiro kijanye n’uko isizeni ya 2019-2020 yagenze ndetse n’uko iya 2020-2021 yiteguriwe. Hari vyinshi vyahindutse. Mu ntumbero yo guhagararira inyungu z’umurimyi w’igiterwa c’ikawa n’iza reta (kuko ngo bamwe mu bakorera muri ico gisata basa n’abatabiha agaciro), igisata ARFIC casubirijwe n’ugwego rwa reta ODECA (Office pour le Développement du Café au Burundi), ruzokora ibikorwa vyose bijanye no guteza imbere igiterwa c’ikawa. Urwo rwego nyene ni na rwo ruzoraba  ibikorwa vyahora bikorwa n’amashirahamwe nka CNAC MURIMA W’ISANGI, INTERCAFE hamwe n’amahinguriro ya reta SOGESTAL na SODECO. Amwe mu mashirahamwe
yakorera mw’ikawa yasabwe gusubiza ibikoresho Amashirahamwe atubahirije ikiringo cari categekanijwe mu
kuronsa agahembo abarimyi bashoye ikawa, yarafatiwe igihano co gukurwa mu
gisata c’ikawa. Ni no muri iyo ntumbero, ubushikiranganji bw’ibidukikije,
uburimyi n’ubworozi bwamenyesheje ko kuva mw’isizeni ya 2019-2020 aya
mashirahamwe akurikira yahagaritswe : CPC/KPC, RISCA, RUDECO, ETS
NIYONZIMA Jean Marie, Koperative GARUKIRIKAWA, TUGARUKIRE IGITERWA C’IKAWA,
NIZIWACU na DUTEZIMBERE IGITERWA C’IKAWA.
Ayandi  yahagaritswe akaba ari
SECASB na E.CO.G.I.A mw’isizeni ya 2020-2021. Amashirahamwe CNAC MURIMA W’ISANGI, INTERCAFE, SOGESTAL na SODECO akaba asabwa gushikiriza ugwego rushasha rwa Leta ibikoresho vyose yahora akoresha kugira ngo ibikorwa vyose birangurirwa muri ico gisata c’ikawa bibandanye ata ntambamyi. Reta yoba igiye
kwikorana ? Umushikiranganji  Déo Guide Rurema amenyesha ko iyo mpinyanyuro nshasha yo gutunganya igisata c’ikawa irekurira abikorera utwabo bakwije ibisabwa kubandanya bakorera mu gisata c’ikawa. Ababikeneye rero ngo bokwitura ugwego rushasha rwashinzwe kugira rubamenyeshe ibisabwa. Naho biri uko, ibijanye n’uko bazokwishingirwa na Leta ngo ntibirimwo. Ni ngombwa kandi ko yerekana icemezo ko azohemba abarimyi afatiye ku ngwati azohabwa n’ibanki bakorana. Hari akarusho  barimyi bokwitega ? Ku bijanye n’ibiciro vy’ikawa, abazokwemererwa gukorera mu
gisata c’ikawa kw’isizeni ya 2020-2021, ngo basabwa kuzokwubahiriza
ibiciro : Igiciro cari kimenyerewe yari amafaranga 500 kw’ikawa nziza  na 250F ku yifise agasembwa. Ico giciro ngo cashingwa
havuyemwo amafaranga yakoreshwa na CNAC, Inter cafe na ARFIC bigatuma umurimyi
ataronka agahembo kisununuye. Kubw’ivyo Leta ngo igiye kumenyesha vuba igiciro
ntabanduka umurimyi w’ikawa azohora agurishako kandi ciza ugereranije
n’icahahora. Abarimyi bakiriye gute iyo ngingo? Jean Marie Niyongabo
asanzwe arimira ikawa mu Kayanza, amenyesha ko hamwe vyoja mu ngiro, udufaranga
tukaboneka ku gihe kandi twisununuye ngo vyomunezera cane kuko bahora barima
bagatahira urume bavunja n’uburuhe. Akagira ati: «Ntaho twokura iyo Mana yoza idukanda
kuko twasa n’abadebukiwe kubw’intica ntikize twahabwa». Mwomenya ko Leta ari yo igiye kuzohora yironderera umuguzi na ho nyene hazoba hari abanyamitahe bigenga bazoba bakorana kandi ko abahora bakorera mu kigo ARFIC bagiye guca babandaniriza ibikorwa muri urwo gwego rushasha.
Mu bushikiranganji bw’uburimyi bati: «umwimbu w’agatasi uzoba mwiza cane»
Inyuma y’amezi atatu abarimyi bashikirijwe ibijanye n’imyiteguro ya reta yari igamije gutunganya neza irima ry’agatasi, hafatiwe kandi ku ngendo zagizwe n’ubushikiranganji hamwe n’abashingamateka kuva ku wa 18 gushika ku wa 20 munyonyo 2019 mu ntara icenda bagashira ko n’ivyegeranyo bitangwa n’abajejwe uburimyi mu ntara, muri rusangi imirima mu gihugu c’Uburundi irateye igomwe. Ivyo vyashikirijwe na Dr Déo Guide Rurema umushikiranganji w’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije. Hari kuri uyu wa 12 kigarama 2019, mu kiganiro Dr Déo Guide Rurema yagiranye n’abamenyeshamakuru ku bijanye n’ingene igihe c’irima c’agatasi cifashe. Umushikiranganji yashikirije abanyagihugu ivyigwa vyakozwe mu ntumbero yo kuraba ingene utwigoro twa reta two kugwiza umwimbu twoba twarafashije. Aho twovuga nko guha  umwavu abarimyi ku giciro kitavuna,  ishwagara yo mu mirima mw’isi irimwo umururazi, gutanga imbuto zirobanuye nk’ibigori eka mbere no kugwiza imiti ihasha udukoko n’ingwara zibangamira imirima. Kabaye n’akaryo ko gushimira abajejwe uburimyi n’intwaro bo mu ntara zitanu n’amakomine atanu babaye aba mbere bitanze batiziganya mu guhimiriza abarimyi bagatako bagafata nkama ibikorwa bijanye no gukingira isi ndimwa eka mbere ngo muri izo ntara nta ngorane zijanye n’inkukura, gutwarwa kw’imirima hamwe n’ibihomoka bikiharangwa. Akavunira akagohe amakomine n’intara biza mu bibanza vy’inyuma kwikubita agashi maze zgafatira akarorero kuzashoboye kwitunganya neza. Yaboneyeho kubeshuza inkuru zitarizo zivugwa ko ifumbire Fomi ihingurwa n’ihinguriro ryaha iBurundi atari  nziza kuko no mu karere iriko irahurumbirwa kubera bazi ko ari nziza.Iyo na yo igizwe n’ibice50% vy’umwavu w’ikirundi na 50% vy’umwavu w’ikizungu ikaba ishimwa no ku rwego mpuzamakungu. Impeshi
igeze hé? Rurema agira ati: » Kugira twitegurire neza irima ry’impeshi, ubushikiranganji bw’uburimyi,ubworozi
n’ibidukikije bufadikanije n’ihinguriro Fomi twariteguye bimwe bishimishije
kuko igice kinini c’ifumbire kiramaze kuboneka kandi izoshika ku gihe. Mbere
n’ikiringo co kuriha amahera ya vansi kikaba caratanguye kuva kw’igenekerezo
rya 9 Kigarama uyu mwaka kikazorangira ku wa 7 nzero 2020″. Rero ngo abarimyi
basabwe kubahiriza ico kiringo no gusidukana n’iyonka mu kuriha ayo mahera ya
vansi mugabo uwo mushikiranganji anamenyesha ko ubu iyo fumbire izotangwa
hakurikijwe ubwaguke bw’isi ndimwa uwuyisavye afise. Nayo ngo abarimyi bahurikiye mu makoperative
yo ku mitumba, basabwe kudacerwa kuriha nabo nyene ayo mafaranga  kuko reta yamaze gushira ku makonti yabo amafaranga
basavye angana n’imiriyoni 10 bazokwifashisha mu bikorwa vyo kugwiza umwimbu. Imiriyaridi
28 z’amarundi nazo, ziramaze gushirwa kuri konte y’abanyagihugu kubw’ico
gikorwa ngo n’ayasigaye mu minsi mike azoba yashikiriye abayagenewe. Nta
vyera ngo de Nkuko Dr Déo Guide Rurema abandanya abivuga, ngo ntawokwemeza ko vyose ari vyiza kuko muturere tumwe tumwe imirima y’ibiterwa na cane cane iy’ibiharage yarabenje bivuye ku mvura nyinshi imaze iminsi irwa mu gihugu cose. Nayo ku gakoko kamaze iminsi kibonekeza konona ibigori,  umushikiranganji akaba n’umuhinga mu vy’uburimyi yamenyesheje ko ako gakoko bakazi eka mbere ko gushika ubu batarashobora kugatorera umuti wo kukagwanya,batanga imiti yo gupfupfahaza gusa. Ako rero ngo ntigahanze Uburundi gusa. Ngo kakomotse muri Amerika gaca kinjira gaciye muri afirika y’epfo, Zimbabwe, Uganda , Kenya, Urwanda gushika mu Burundi. Abandanya amenyesha ko ako gakoko konona
kurusha akahahora bita impongwa kuko kamaze gukura naho bogapompa umuti kadapfa
eka mbere konona igiterwa ku rugero rwose kigezeko. Ahanura abanyagihugu kuba
barakoresha ubuhinga bwo kukanoba nkuko abandi babitanguye mu kurindira ibizova
mu vyirwa biriko birakorwa na Fao. Mu ntara zigenjeje neza mu gukingira ibidukikije Kirundo iza ubwa mbere n’amanota 80,4% nayo Bujumbura igafata ikibanza ca nyuma n’amanota 36,7%. Mu makomine yakoze bigashimwa Muruta yo mu Kayanza iza imbere n’amanota 95,3% mu gihe Kabezi yo mu ntara ya Bujumbura ari iya nyuma n’amanota 15,3%.
«Niwaba udashorwa, umwavu uhingurirwa mu Burundi wijukiwe n’abarimyi»
Mu gihe ubushikiranganji
bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi buheruka gukwiragiza ya fumbire ihingurirwa
mu gihugu c’Uburundi yo mu bwoko bwa Fomi,
ishwagara yo mu mirima, imiti  yica
udukoko tubangamira imirima mu ntara zose z’igihugu, haracibonekeza
abanyagihugu benshi bakiyirondera. Ivyo rero ngo bikaba bishimisha ubushikiranganji
kuko vyerekana ko bijukiye kuyikoresha, nibaba batayigurisha mu mpisho.  Vyashikirijwe
na Emmanuel Ndoricimpa, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ibidukikije,
uburimyi n’ubworozi  mu kiganiro yahereye
abamenyeshamakuru mu nyubakwa yabwo kuri uwu wa 22 gitugutu.  Nk’uko uwo munyamabanga yabishikirije, ibiharuro
vyari vyatanzwe n’ibiro bijejwe kwegeranya amafaranga y’abanyagihugu VIETTEL na
FENACOB vyari amatoni 23700 Gushika kw’igenekerezo rya 14 gitugutu, umwaka wa
2019.  Inyuma y’indwi imwe gusa, bigeze
ku matoni 24200.  Yabandanije amenyesha ko ifumbire ingana
amatoni 19580 iza yaramaze gushikira abanyagihugu. Gushika kuri uwu wa 22 ayandi
matoni 7000 akaba ariko arashirwa ku ntara ku ntara mbere akazohava ashikanwa
no mu mazone. Ubu muri kino gihe hakaba hamaze gusohoka amatoni 26580. Amakenga yo ngo ntabuze… Bufatiye k’ukuntu
umurindi w’abasaba ifumbire utera wiyongera muri iki gihe,  ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi
burafise amakenga ko ifumbire iriko irasabwa itoba iriko irakoreshwa yose mu
mirima muri iki gihe c’irima. Vyongeye, ngo ubushikiranganji bufatiye ku
biharuro bwari bwategekanije, burabona ko ifumbire  yari yasabwe irenga cane. Kubera ivyo… Ubushikiranganji
bumenyesha ko bugiye gukurikiranira hafi kandi ivy’iyo fumbire kugira ngo
burabe ko iriko iratorwa ica ija gukoreshwa mu mirima koko, nk’uko biba biri mu
ntegekanyo. Bugasaba abajejwe intwaro n’umutekano ko bofasha muri ico gikorwa
ndetse bakanaraba ko ata fumbire yoba iriko iradandazwa mu masoko, haba mu
gihugu hagati canke hanze. Mwokwibuka ko kw’igenekerezo rya 12 nyakanga umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi Déo Guide Rurema yari  yatanze ikiganiro aho yamenyesha abarimyi ko Reta y’Uburundi, ibicishije muri ubwo bushikiranganji nyene yipanze neza ku vyerekeranye n’imyavu, aho yamenyesha ko  hari amatoni 27000 ku 21000 yasabwe n’abanyagihugu, mbere n’ibiciro vy’imyavu  bigabanurwa ibiciro uku gukurikira: agafuko k’ibiro 25 k’umwavu Fomi- imbura, kavuye ku mafaranga 42695 kaja ku 29000, Fomi-Totahaza ikurwa  ku mafaranga 38500 ishirwa ku 26000, Fomi-Bagara iva ku 38800 ija ku 26500 nayo umufuko w’ibiro 50 w’ishwagara ikoreshwa mu burimyi uva ku 11500 uja ku 5000.
Mu Burundi, abakozi bo mu gisata c’ikawa baridoga kuba badahembwa ku gihe
Kw’igenekerezo ryo ku wa 1 Gitugutu
uko umwaka utashe, isi yose irahimbaza umunsi wahariwe igiterwa c’ikawa. Ubu
rero, uwo munsi ushitse humvikana imyidogo  ivugirwa mu bwongoshwa  ishingiye ku kudahembwa ku gihe kw’abakozi bo
muri ico gisata hamwe n’amafaranga make ariko aratangwa kuri ico giterwa
gisanzwe kinashorerwa hanze ku rugero rw’ibice birenga 60%. Abarimyi
bakorera mu gisata c’ikawa baridoga cane ko ata karusho bariko bararonka kava
kuri ico giterwa kubera ko amahera bemererwa kuzohabwa adahuye n’inguvu baba
bakoresheje kuva bakigikorera gushika kije kw’isoko. Ngo n’ayo make ntayo
baronka ku gihe.  Nkurunziza Jean Marie, umurimyi w’ikawa wo mu ntara ya Kirundo komine Bugabira ahurikiye mw’ishirahamwe CNAC Murima w’Isangi, avuga ko ico giterwa ata co abona kiriko kirafasha abarimyi bo hasi. Agafatira ku kuntu uduhera baronka tubashikira bahavye, n’amadeni ari mu guheba ngo abomore. Agira ati: «Abarimyi b’ikawa dusha ata co twokora. Kuba ata matonorero dufise ino iwacu, bituma dusanga umenga dukorera abaza kurangura  nya kawa . Naho nyene, nta n’amahera baduha kuko duhabwa udupapuro turiko ibiro twashoye gusa.  Ni nk’ideni twihera abaja kwidandariza hanze bakazoduha ayacu mu nyungu baronse, naho nyene bakaduha intica ntikize. Iyumvire nawe ikiro kigurwa 500Fbu, ayo na yo bakazoyaduha nko mu mezi ane canke atanu»! Yongerako ati: « Uravye nk’umuruho tugira dukurikirana ico giterwa, iyo ceze ikiro cari gikwiye kugurwa 700, na ho nyene bakayaduha ‘cash’ umuntu akikanda».  Oscar Baranyizigiye, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe InterCafé, avuga ko ingorane zitari ku barimyi b’ikawa gusa ahubwo ko ziri ku bakozi bose bo muri ico gisata. Agira ati: « Baba abarimyi, baba abazitonora canke abazishora kw’isoko mpuzamakungu, bose bahura n’ikibazo c’igiciro kiri hasi cane. Ivyo rero biraheza bikagira ingaruka ku bari muri ico gisata bose. Ni na ho muzumva havugwa ko abakozi bo muri Sogestal boba bamaze amezi indwi badahembwa. Ivyo ntivyiyadukije, vyavuye ku biciro vy’ikawa bitifashe neza kw’isoko mpuzamakungu. Bikaba vyatumye amahera yo kubahemba abura». Ariko n’ubwo biri uko avuga ko atari abo gusa kuko hari n’abandi. Akizeza ko ikibazo c’abantu batarahembwa bose kiriko kirakurikiranwa mbere reta yanacifatiye mu minwe iriko irabashigikira mu mabanki ibashirirako amahera azoba arabafasha mu kurindira ko ibintu bimera neza. Ico twomenya ku giterwa c’ikawa ubu  Kibeshejeho imiryango itari mike mu Burundi. Oscar, afatiye kuri rusasuma ya nyuma yakozwe mu mwaka wa 2008, amenyesha ko imiryango irenga 600.000 yo mu Burundi yitaho igiterwa c’ikawa. Gushika ubu, ngo ibiti vy’ikawa mu gihugu vyoba bishika imiriyoni 120 bikaba bitewe kw’ihegitari zishika ibihumbi 48. Baranyizigiye abandanya avuga ko ico giterwa kigizwe n’amahindagurika haba ku bijanye n’umwimbu canke ibiciro. Agira ati: « Dufatiye mu kiringo c’imyaka ibiri, dushobora kuronka umwimbu uharurirwa hagati y’amatoni ibihumbi 12 na 25. Nko kw’isizeni yo mu mwaka wa 2017-2018 hari habonetse amatoni ibihumbi 25 y’ikawa zija kw’isoko mpuzamakungu mu gihe mu mwaka wa 2018-2019 hazoboneka ayashika ibihumbi 10».  Na yo ku bijanye n’igiciro, uwo munyamabanga mukuru avuga ko igisata c’ikawa ari co cinjiza amahera menshi y’agaciro kuko haboneka ayari hagati y’ibice 60 na 65%. Kw’isoko mpuzamakungu, ikawa y’Uburundi irakengurukwa cane. Kukaba nkako iza imbere y’izindi kubera akanovera keza ifise. Ariko n’ubwo biri ukwo igiciro cayo ubu ni co kibazo. Muri iyi myaka 3 iheze ibiciro biri hasi cane. Ikiro kiriko kiragurwa amafaranga ari munsi y’amadorari 2, mu gihe iyo bimeze neza ikawa iba igurwa hagati y’amadorari 3 na 5. Abo bakora mu gisata c’ikawa rero basaba ko reta ari yo yoja irafasha mu gushira uburyo hakiri kare ku mabanki, mu ntumbero yo kubavunanura
Benjamin Manirambona, imboneza mu rwaruka
Umurimyi w’imboga akaba anaserukira amashirahamwe y’abadandaza imboga n’ivyamwa i Nyabiraba, Benjamin akorana inguvu mu guhimiriza urwaruka  kwijukira gukorera mu mashirahamwe kandi rugateza imbere igisata c’uburimyi. I Nyabiraba, Benjamin Manirambona ari mu bantu bazwi cane. Hampande y’umwuga wiwe wo kwigisha, yifadikanije n’urundi rwaruka. Yarashinze amashirahamwe ashika mu mirongwitatu ahurikiwemwo n’urwaruka rurima rukanadandaza imboga n’ivyamwa kw’ibarabara rikuru ry’ i Nyabiraba. Ku bwiwe, kwikorana ni uruhombo runini uravye ko umwimbu w’umwe udashobora kuba mwinshi. Rero, urwaruka ruhurikiye muri ayo mashirahamwe rurashira hamwe uko ukwezi gutashe amahera ashika 5000 y’amafaranga y’amarundi kandi n’ingurane ntonto zirahabwa abanywanyi. Ikigo c’urwaruka ni nkenerwa Nyabiraba, nk’izindi komine zose zo mu gihugu, irimwo urwaruka rutari ruke. Kubura ikigo urwaruka rwohuriramwo kugira rwungurane ivyiyumviro, ni intambamyi kw’ikomine. Ni umugambi uhambaye Benjamin yipfuza ko worangurwa. Agira ati: « Dukwiye ikigo c’urwaruka, twebwe usanga tutegereye igisagara ca bujumbura, abatari bake mu rwaruka usanga rwipfuza guhunga iwabo rukigira mu gisagara. Ariko, iyo tuba dufise ikigo gihariwe urwaruka gusa, twogiye turahura buri gihe duhanahana ivyiyumviro ku ntambamyi zibuza urwaruka kwiteza imbere». Ugukomeza inyigisho z’uburongozi bwiza, ni yo nzira ishika Ubutwari abwiyumvamwo, Benjamin Manirambona yipfuza kubureresha batoyi biwe. Manirambona ari mw’ishirahamwe SFCG akaba ari na ho hari umugambi wo gufata mu mugongo abakenyezi b’imboneza b’ubu n’abo muri kazoza mu ntumbero yo gusasagaza amahoro mu Burundi. Abona ko abakenyezi n’urwaruka b’i Nyabiraba bagiye kuronka akarorero keza bazigirako. Ku bwiwe, kwigisha imboneza nshasha ni ngirakamaro na canecane muri iki gihe twegereje ibihe vy’amatora. Manirambona agira ati: «Ikiringo c’amatora kiragoye cane kugenzura. Ariko igishimishije, biciye ku mugambi wa SFCG, abatari bake mu rwaruka no mu bakenyezi bazoba bazi uburyo bashobora gutururuza uruhagarara rushobora kwaduka, mu gukoresha ubuhinga bwo gutatura amatati hadakoreshejwe ingimba, kuko, si ikinyegezwa, amatati yo yamaho. Ni vyiza rero ko twomenya gutatura amatati ».
Kwubahuka, umushinge w’iterambere ry’urwaruka mu burimyi n’ubworozi
«Ubwo vy’ukuri jewe nogera kuri iyo ntambwe? Umutahe wova he»… Ivyo ni bimwe mu bibazo nyamukuru bishikirizwa n’urwaruka rugera kuri 45 ruva mu mihingo yose y’igihugu ruriko rugira urugendo-shuri kuva kuri uyu wa 24 kugera kuri 27 ruheshi, mu ntara za Bubanza, Kayanza na Ngozi. Urwo rugendo rukaba rwatunganijwe n’ikigo AgriPro Focus, gifasha urwaruka rukorera mu burimyi n’ubworozi mu kwuguruka no kumenya ukugene bogwiza umwimbu bakongera bakadandaza ivyo babiriye akuya Urugendo nyezina rwahereye mu ntara ya Bubanza ku musozi Kizina uri muri Komine ya Bubanza. Koperative COMICOPO, ikora mu bworozi bw’amafi n’ukugwiza imbuto niyo yakiriye urwaruka ruri mu rugendo. Cyriaque Ndayiragije yatanguje Koperative COPIMIKOPO, yigana ko umutahe yatanguje ari inguvu n’ubwira, ibindi biza mu nyuma. Agira ati: «Vyose vyatanguye mpejeje amashure yisumbuye muri 2014.Nta kazi nashotse ndonka kandi nategerezwa kubaho.Nikwo kwegera iyindi misore mike twiganye ndabatura iciyumviro co kworora amafi, bamaze kunyemerera duca turasaba ikibanza muri komine c’ahantu twokorera, na cane cane hari amazi. Nukwo umugambi uba uratanguye, abatwuhirira babonetse arukwo tumaze kugira ico dukoze. » Cyriaque atanga intahe ko vyose biva mu gushaka no kugira ihangiro. Nikwo guca amenyesha ko kugeza ubu baronka umwimbu uri hagati y’itoni 10 na 13 ku mwaka, bakagwiza imbuto zigera kuri 240.000. Yongerako ati: « Urufi rumwe rwo mu bwoko bwa Terapiya ruvyara izindi zirenga igihumbi, nayo isomvyi yoyo ishobora kuvyara izirenga 10.000. Ukwo twunguka rero, nuko nk’agafi kamwe tukagurisha 200 y’amafaranga y’amarundi, kamaze imisi 30. Nayo izikuze, ikiro ni 5.000 Fbu. Murumva ko harimwo akunguko kanini». Cyriaque agirako ahanura urwaruka kudatinya gushira imitahe mu bworozi kuko hariyo akunguko katari gato. Muri iyo ntara nyene ya Bubanza, ku murwa mukuru, abari mu rugendo barashitse aho ikigo CITA gikora ifu y’ubuyi buhinguwe mu binyantete 7 arivyo: ibiyoba, isoya, umuceri, ibigori, amasaka, ingano, na sesame. Kuri ivyo binyantete baca bongerako ifu y’ibitoke, bagahez bakaronka ifu y’ubuyi ikwije ivya nkengwa.Nkukwo bishikirizwa na Reveriyano Niyonkuru yatanguje ikigo CITA, intumbero nyamukuru yo gutanguza guhingura ifu y’ubuyi ni ukurwanya ugufungura nabi kuzingamitse intara zitari zike zo mu gihugu, na cane cane intara zo mu bu burengero. Reveriyano aramenyesha kandi ko yari afise umugambi wo gukorera mu burimyi kuva akiri umuyabaga, gutyo akiteza imbere kugatwe kiwe akongera agatez’imbere igihugu. Visitant la coopérative "COPIMUCOPO" de Bubanza (Ouest du #Burundi), les caravaniers se sont rendus compte du système de multiplication des poissons pour une meilleure commercialisation: "Nous notons une production de poissons de 10 à 13T et 240 000 têtes d'alevins"#agribusiness pic.twitter.com/qNnzmL15St — Jimbere (@JimbereMag) June 25, 2019  Intango ntiyoroshe Reveriyano Niyonkuru yayagiye abari mu rugendo ko intango yama igoye. Niko gutanga intahe: «Jewe natanguje umutahe wa 600.000 Fbu ngura ibikoresho vyogutangura umugambi, ico gihe natanguye gukorera imuhira kwa data, nkakora ifu ingana ibiro 20, amezi atatu agahera ya fu ikiriho. Naragize ibinca intege bitari bike. Hari abatemera ivyo nkora, abandi nabo bakantega imitego kugira banyibe umugambi wanje, ariko narashoboye ku birengera, ndabandanya gukora naho bitari vyoroshe. Igihambaye mu rudandazwa ni ukwiha ihangiro, ukemera ugasonza mu ntango. »
Reveriyano yateye abamenyesha ko ageze ku rwego rwo kudandaza hagati y’itoni 20 na 30, ku kwezi, bikinjiza amahera agera ku miriyoni 60 buri kwezi. Reveriyano amenyesha ko ivyo akora bitunze imiryango igera kuri 50 adashizemwo abo arangurira ibifungurwa bakoresha. Ico gishingantahe barongeye barakironswa na Yohani Bosiko Nshimirimana arongoye koperative COJELUD rikorera mu burimyi n’ubworozi ku mutumba wa Rukeco, muri komine ya Busiga intara ya Ngozi. Nkukwo bishikirizwa na Nshimirimana, Ikigo COJELUD gihurikiyemwo urwaruka rwinshi rwo mu mihingo myinshi. Agira ati: «Mu ntara ya Ngozi, maze kuronka urwaruka rugera kuri 500, ubu tukaba turiko turakwira mu zindi ntara nka Mwaro, Gitega, n’izindi. Mukwiyumvira gufadikanya n’urundi rwaruka, narimfise intumbero yuko ijambo ubushomeri ryosa n’iritaye agaciro, urwaruka rugakora rutarinze kurindira abaruha ubuzi canke imitahe». Icatangaje cane abari mu rugendo shuri, Yohani Bosiko Nshimirimana yize kugera mu mwaka wa gatandatu w’amashure mato. Nawe asigura icamutumye yuguruka, akavuga ati. «Jewe natanguye ivy’uburimyi n’ubworozi mu mwaka wa 2016, mvuye mu rugendo shuri nk’uru murimwo, nkaba narukoreye mu ntara ya Bubanza. Naruhejeje numva nshashaye gukora cane, mugabo nta buryo narimfise. Naragurishije udutafari narimfise, abantu bakambona nk’umusazi, nca ntangura kurima ibiharage n’ibigori nkoresheje ubuhinga nari nasumye mu rugendo shure. Nagiye ndasaba utudeni dutoduto. Maze kwimbura, narakuyemwo amatoni ashika kuri mirongo ibiri, ndayadandaje nkaheza nkaca ngura amatongo y’ukwagura, ndatinda ndaronka ahangana ama hegitari 18». Avuga kandi ko amaze gushika kuri iyo ntambwe yaciye atangura kwiyumvira gushinga koperative ihurikiyemwo urwaruka rwinshi ruza ruraharonkera ingurane ntonto rukiteza imbere, kandi rugakorera hamwe. Kugeza ubu, Yohani Bosiko n’abo barikumwe baharura umutahe ugera ku miriyoni 80 ziri muvyo bariko barakora. 🔴 Umwimbu mu #Burundi wa 2019? Umushikiranganji @DRurema ati "Wifashe neza". Uturorero: ibiharage vyimbuwe vyavuye ku matoni 189.268 (2018), bija ku matoni 563.236 (akunguko k’ibice 190%), nay'ibitoke biva ku matoni 2.029.428 bija kuri 3.856.456 (90%) https://t.co/Q7t06cRVXR pic.twitter.com/on3xXtVEqf — Jimbere (@JimbereMag) June 20, 2019  « Kubugurura amaso » Bafadikanije n’amashirahamwe ICCO Cooperation, ADISCO na YAIN, yose yitaho iterambere ry’uburimyi n’ubworozi, muri AgroPro Focus bashikiriza ko intumbero y’urwo rugendo-shure ari kugira urwaruka rusanzwe rwaratanguye gukorera mu burimyi n’ubworozi ariko rutaragera ku ntambwe iteye imbere cane, ruronswe akaryo ko kugendera abababanje imbere bakagera ku ntambwe ishimishije, kugira ngo babaratire ukwo babigenjeje, bongere babavunire akagohe ku bintu nkenerwa kugira bashobore kuja ku rundi rugero. Bakiva mu gisagara ca Bujumbura, abari mu rugendo bari bafise igishika co kwibonera iyo bagiye n’ivyo bagiyemwo. Belyse Igirukwishaka asanzwe ari umurimyi w’imyumbati, akanorora ibitungwa bitobito, eka mbere akaba anadandaza imiti y’ibikoko mu ntara ya Muyinga, avuga ati: «Uru rugendo nari ndarushashaye. Hari haheze igihe kinini rutegurwa none imvugo irabaye ingiro.Nditeze cane kuharonkera ubumenyi busagutse ku bijanye nivyo nsanzwe nkora, ndetse no kubindi bishasha nshobora kuharonkera». Aristide Nihorimbere, umurongozi w’ishirahamwe YAIN, rihurikiyemwo urwaruka rukora urudandazwa rw’ibiva mu burimyi n’ubworozi, arahanura urwaruka kw’ubahuka, bagakora imigambi yabo, ntibarindire ibirenze urugezo rwabo kugira batangure gukora. Ati: «Ha guhera hejuru umanuka, wohera ku busa uja hejuru. Igikuru ni ukugira ihangiro».
Umwimbu wa 2019? Ibiharage vyimbuwe vyavuye ku matoni 189.268 (2018), bija ku matoni 563.236
Kuronsa abarimyi ifumbire, gutunganya imyonga n’imisozi ihanamye, ni bimwe mu vyatumye umwimbu wiyongera ku rugero rushimishije muri uwu mwaka wa 2019 ugereranije n’uwa 2018 nk’uko bimenyeshwa n’umushikiranganji w’Uburimyi, Ubworozi n’Ibidukikije, kur’uyu wa 18 Ruheshi.  Umushikiranganji ati: « Umwimbu wifashe neza na canecane ibiterwa mbumbarugo nk’ibiharage, ibijumbu, ibitoke, ibigori hamwe n’ibiraya nk’uko ngo yavyiboneye aho yagiye araca ku masoko atandukanye yo mu gihugu ndetse no mu mirima ».
Niko gutanga ibiharuro: ugereranije umwimbu wo kuri ino mpeshi n’uw’uno mwaka, asanga umwimbu w’ibiharage wavuye ku matoni 189.268 uja ku matoni 563.236, ni ukuvuga akunguko k’ibice 190 %. Maze ibijumbu navyo biva ku matoni 895.228 bija ku matoni 1.243.446, ni ukuvuga ibice 39% vyiyongereyeko. Aho rero ntiyibagiye kuvuga umuceri wavuye kw’itoni 179.468 uja ku matoni 245.673 ubwo haba hiyongereko ibice 37%.
Ibiraya? Vyavuye ku matoni 75.566 bisimbira ku matoni 112.331, akunguko kabaye ak’ibice 49%, ibitoke biva ku matoni 2.029.428 bija ku matoni 3.856.456 (90%). Akarusho vyazaniye abanyagihugu Burya iyo umwimbu ugenze neza, ntibiyoberana kuko ibiciro mu tuguriro tudandazwamwo ibifungurwa bica bigabanuka, maze imiryango ikaharonkera akoyokwe. Abasumira ku masoko yo mu mpande zose z’igihugu ubu baridoradoza kuko nk’igiciro c’ibiharage cavuye ku mafaranga y’amarundi 1.200 (hafi igice c’idorari rimwe ry’Abanyamerika), gikorokera ku mafaranga 830 ku kiro, mu gihe ikiro c’umuceri co cavuye ku mafaranga y’amarundi 1.640 kija ku mafaranga 1.340. Umushikiranganji Déo Guide Rurema arizigira akongera akizeza abenegihugu ko umwimbu w’ibihe vy’irima biza uzoba mwiza eka mbere ngo « uzonikubamwo incuro zibiri canke zitatu ». Ivyizigiro vyiwe rero bikaba bishingiye ku twigoro n’imigambi ya Reta biciye mu bushikiranganji bw’Uburimyi, Ubworozi n’Ibidukikije, ivyo navyo bikaba ari: kuronsa abanyagihugu ifumbire ifise akanovera ihinguwe mu gihugu cacu hakoreshejwe umwavu w’ikirundi n’uw’ikizungu, gukingira amasoko y’amazi, gukingira ibidukikije mu guca imikobeko, gutera ibiti, gutunganya imyonga n’imisozi ihanamye, ivyo bikazotuma ifumbire izoboneka ku gihe, amahera nayo y’agaciro yahora akoreshwa mu kuzana ifumbire hanze y’igihugu akazoziganywa. Ikibazo co kubika umwimbu Umwimbu umaze kwegeranirizwa ku muhana, ngo ntibikwiye ko uguma ushinguweho, nyabuna abenegihugu ngo bakwiye guca bawujana mu ma “hangare” mu ntumbero yo kuwurinda impanuka zishobora kwaduka zikawuhitana imiryango igasigara yifumbereje kandi yari yararimye.
Nayo abadandaza bikika mu kiza bakagendagenda umuhana ku wundi batanga intica ntikize y’amafaranga ngo ni umugwazo bwaca bakagaruka kubibagurishako ku mahera y’umurengera, baragabishwa n’uwo mushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi ko uwuzofatwa azobihanirwa vy’akarorero. Ibikorwa vyo gukingira ibidukikije, kugwiriza abenegihugu ifumbire ifise akanovera kandi idatitura isi, bikwiye guhangama mu Burundi maze abarundi bahore mu musesekara, batuburure, kigoyi bayisezere.
Ubuhinga ngurukanabumenyi  mu kugwiza umwimbu mu burimyi ni ntasubirizwa
Abarimyi barakwiye kumenya ingene isi imeze  canke ikirere iyo bitegurira gutera imbuto mu mirima. Ubuhinga bushasha mu burimyi bita Agri-coach buje butanga ubumenyi ku barimyi bw’ingene basuzuma igihe c’irima n’imbuto zikenewe. Vyashikirijwe n’ishirahamwe Auxfin Burundi kuri uyu wa 19 Ntwarante mu ruganda rwo gushira ahabona ubuhinga Agri-coach mu nyubakwa  za Royal Palace. Mu Burundi ibice bishika 80 kw’ijana vy’abantu ni abarimyi ariko ntibashobora kw’imbura ibikwiriye abenegihugu bose  ngo hanaboneke n’umusesekera biturutse ku buhinga n’ubumenyi buke mu bijanye n’indimo. Ukutamenya isi, igihe c’irima n’iteragira, ikirere uko cifashe, imbuto z’ugutera, ibiza, … biratuma umwimbu ukeha mu gihugu, ubukene bukahaka indaro. Esther Loefen wo mu buserukizi bw’ingoma y’Ubuhorande agira ati: «Hambavu y’ugufumbira isi, umurimyi arakwiye gufumbira umutwe, akagira ubumenyi buhuye n’ubuhinga bushasha  bw’ukugwiza umwimbu Agri-coach ». Umurimyi arakwiye kwijukira gukorera mu mashirahamwe abafasha kugwiza umwimbu, agakorana n’abandi mu migwi kuko ariho ashobora kw’ungukira ku buhinga barahura hirya no hino mu yandi mashirahamwe araba ibijanye n’uburimyi. Ishirahamwe Auxfin Burundi mu mugambi waryo wo  «kurima kijambere kuri bose», Ubu rikorera mu ntara zitatu mu Burundi, ari  zo: Gitega, Kayanza na Karusi abarimyi  baho barungukira ku buhinga bushasha Agri-coach bwo kumenya, guhitamwo imbuto botera, igihe boziterereko n’ingene bobandanya bazibungabunga gushika zere. Nkuko bishikirizwa na Yannick Chokola umuhuzabikorwa mw’ishirahamwe Auxfin Burundi, aho avuga ko igikorwa cose gikorerwa ku gihe, ari na co gituma umurimyi adakwiye kujana nyabahururu mu kwihutira gutera imbuto atabanje kugendereza ikirere. Ni muri ubwo buryo Agri-coach iriho kugira igende irerekana buri minsi icenda uko ikirere kimeze, maze abarimyi bamenye n’imba imvura ikwiye canke idakwiye ku mbuto z’ipfuzwa guterwa muri ico gihe. Umwirimizi muto mu buhinga buhanitse Bakoma serewusi,wo mu ntara ya Kayanza komine Muruta, umutumba Yanza agacimbiri Kigabiro I  asanzwe arongoye urunani rw’umugwi wa gatatu w’abarimyi 50 bishize hamwe mu mugambi w’ishirahamwe Auxfin wo kugwiza umwimbu biciye mu buhinga bushasha Agri-coach. Bakoma yarahawe n’iryo shirahamwe iterefone irimwo ubuhinga buhanitse (tablette mu gifaransa) imufasha kuraba uko ikirere cifashe mu minsi icenda ko imvura ihari yotuma bateragira imbuto canke ko boba barabangiriye. Baranaronkejwe muri uwo mugwi nyene agakoresho gapima urugero rw’imvura yanyengetereye mu butaka. Nsengiyumva claude avuka mu ntara ya Gitega komine Gitega ku musozi wa Songa, arongoye urunani rw’imigwi 20 ikurikirana yo ku mitumba ibiri umugwi umwumwe ugizwe n’abanywanyi 50.Auxfin yamuhaye iterefone imufasha kugendereza ikirere. Nsengiyumva agira ati: « Kumenya uko ikirere cifashe biratuma mu mugwi wacu tumenya ingene twitunganya mu bikorwa vyacu, no ku mbuto, iyo  twabonye ko mu minsi icenda imvura izogwa arinyishi,biradufasha guhitamwo imbuto zirinda amazi». Yongerako ati: « Auxfin yaranadushize  mu migwi yo kugura umwavu,ntitukivunika turaziganya uduhera dukeduke biciye kuri iyi terefone, isanzwe ifise ubuhinga bita UMVA, maze bakarungika umwe kuwuzana mu gihe ubwa mbere bitatworohera twashobora kumara ukwezi atawurawuronka,nokuhibirwa birimwo». Nkuko abanywanyi ba Auxfin bashobora kugura umwavu biciye kubuhinga bwaryo, igiye nogushiraho isoko yabanywanyi bayo, aho biciye ku buhinga bwa Agri-coach bazoshobora kugura imbuto zirobanuye, ice ishiraho n’uburyo umwirimizi muto ashobora kugurisha ivyimburwa vyiwe i Bujumbura ndetse nahandi hose umwimbu wogurwa neza.

Kahise : vyinshi mutazi kuri Maconco
Abarundi benshi bazi Maconco nk’umumenja kuko bivugwa ko yivye imbwa y’umwami. Emile Mworoha, umuhinga mu vy’akahise, yigana afatiye ku butohoji yagize ko Mwezi Gisabo ari we yagomwe imbwa ya Maconco, arayimutira hanyuma yanka kuyimusubiza ari na ho bahereye barabana iry’ingwe. Maconco yari umwe mu batware-bishikira b’umwami Mwezi Gisabo. Agereranya, Emile mworoha amenyesha ko, uwo muhungu wa Kaganza wo mu muryango w’abenengwe, yoba yavutse mu 1865. Yari umwishikira w’i Muramvya ahitwa i Busimba hafi yo mu Bugarama, agatwara kandi ahitwa mu Nyankarange, i Mbo, ahegeranye no ku Muzinda. Kubw’ubutwari, ubukerebutsi n’ubuhizi ku rugamba, Maconco yahavuye ashimwa n’umwami Mwezi Gisabo amugira umukwe wiwe amuha abakobwa 3 ari bo Mpangaje, Mugamba na Kwakwara. Kandi burya Maconco yari afise amazina yerekana ubutwari bwiwe. Bamutazira Rukobe rwa Gisabo aririra kurangwa, ntaririre kuramba. Ni Rumena zimijuka. Rukookera inkindi abasimba bakookeye amakete (inkindi : insato z’ingwe, amakete : impuzu z’ibiti). Intandaro
y’ukwankana yabaye imbwa Mushuzo           Nk’uko Mworoha abivuga ngo mu gihe c’umwami Mwezi Gisabo, uruhigi rwari
rufise ikibanza gikomeye cane. Maconco akaba yari afise imbwa y’umugina yakunda
guhiga cane. Burya na Mwezi ngo yarakunda guhiga cane. Ni ho umwami yayigomwa
arayimutira, uwuri uwundi arayimuha. Maconco ntarindiriye amaso agahera mu
kirere, yahavuye afatwa n’agashavu, atangura kugenda riniga. Hama umunsi umwe Maconco
yibutse imbwa yiwe yambuwe na sebukwe ku ruyeri, atwarwa n’agashavu ahenuza
umugore wiwe yibungenze yitwa Mugamba (umukobwa w’umwami), uno agwira inda aca arapfa
(Yamusunuje agira ngo Genda hiyo so wawe yatwaye imbwa yanje). Urwo rupfu
rw’umwana w’umwami ruca ruba intandaro y’uguhigana bikomeye. Umwami amaze kwumva inkuru y’uko Maconco yishe umugore wiwe amwita umumenja maze arungika ingabo ziwe (abadasigana) kumufata iyo yar’ari ku ngoro iwe i Busimba. Ni ho Maconco yahungira mu Nyankarange ku rundi rugo rwiwe. Maconco, Kirima n’abadagi bagwaniriza hamwe Mwezi
Gisabo Nubwo batari ku ntumbero imwe, uwo muhinga mu vy’akahise, avuga ko bose
baciye bahuriza ku nama yo kugwanya Mwezi. N’ubwo biri ukwo urwo rugamba ngo
ntirwaboroheye na mba kuko n’abadasigana (ingabo za Mwezi) bari bakomeye
cane.  Umwami Mwezi amaze kubona urugamba
rukamvye, yahavuye ahunga ava i Bukeye aca i Mbuye, i Kiganda n’ahandi. Ageze i
Fota, ni ho yakaba impuzu yari yambaye n’iza Bihome (umwe yambara iz’uwundi yariyambaye).
Bahavuye bica uwo Bihome bazi ngo bishe umwami, Mwezi ahungira i Burunga. Bamaze kubona basugerejwe, abaganwa ba Mwezi, Ntarugera, Rugema,
Kijogori, Nduwumwe n’abandi bahanura umwami ko yokwemera ko batsinzwe. Von
Beringe, umukuru w’ingabo z’abadagi, ni ko kubabwira ko bozana umwami kandi ata
co bazomugira. Bamushikanye. Baciye bamwubakira inzu abamwo kuko izindi bari
barazituriye. Kw’itariki 6 z’ukwo kwezi nyene haciye hashirwa igikumu ku
masezerano y’i Kiganda. Mwezi Gisabo yagumye ari umwami ariko mu bo yatwara
Maconco na Kirima ntibarimwo nk’uko amasezerano yabivuga. Maconco baciye bamuha
gutwara Muramvya, asubira no ku cibare ciwe i Busimba aho yahora atwara, Kirima
na we bamuha i Bukeye. Maconco yiba inkoho y’abadagi bimukwegera urupfu Mworoha amenyesha ko uwatwara akarere ka Afirika y’ubuseruko kari
kiganziwe n’ubudagi yari muri Tanzaniya atashimye na mba amasezerano yemejwe na
Von Beringe, kubw’itegeko rivuga ko hazoba abo umwami atagirako ububasha aca asubirizwa
na Von Grawert abwirwa ko azoca asubiza ububasha umwami Mwezi. Ntibukeye kabiri, abasoda b’abadagi barara kwa Maconco, aca abiba inkoho. Kwakwara, umugore wiwe ni ho yavyongorera se wiwe (Mwezi). Buno nyene, abadagi baciye baza kumufata, bamumanukana i Bujumbura hafi y’aho benshi bazi uno munsi kw’izina ryo kuri Grand Bureau.  Emile Mworoha akamenyesha ko Maconco yapfuye  arashwe na Von Grawert, mu 1905.
Ibiterwa muri kahise k’Uburundi
Amayagwa avuga ibijanye n’ Uburundi bwa ba sokuru aha ikibanza kinini ubworozi bw’inka ivyo bigatuma tutitwararika kumenya akamaro k’uburimyi n’ikibanza bufise mu kibano, ico uburimyi bwagereranya ku ntwaro ya cami n’ico abakurambere babwiyumvirako. Imbere yo kuvuga ku bijanye n’ibiterwa vyakomotse muri Amerika,
nk’ibigori; ibijumbu n’ibiharage, ivyo na vyo bikaba  vyashitse mu Burundi nko hagati y’impera
y’ikinjana ca 18 no mu ntango y’ikinjana ca 19, reka tubanze tuvuge ibijanye
n’ibiterwa kama vyo muri Afirika. Ivyo na vyo ni: amasaka; uburo n’ibihwanya. Amasaka ari mu bwoko butandukanye. Hari amasaka usanga atukura n’ayandi
y’umweru. Amasaka n’igiterwa kirinda amahindagurika y’ibihe, canecane iyo ari
igihe c’uruzuba. Akarorero gato kerekana ko amasaka arinda uruzuba nuko
ubushakashatsi bwerekana yuko igihe hatera ikiza c’inzara mu mwaka w’1928,
ibice 60% vy’amasaka vy’arokotse uruzuba rwari rugisibije ico gihe. Amasaka
yarimwa mu kwezi kwa kigarama, agashwaburwa mu kwezi kwa mukakaro. Mu Burundi
bw’aho hambere, mu mpera z’umwaka, mu kwezi kwa kigarama kw’iki gihe, umwami
n’iwe yugurura ibirori vyo kubiba amasaka. Uburo na bwo nyene buri mu binyantete, bwaterwa mu kwezi kwa nyakanga bukageswa mu kwezi kwa ndamukiza. Ibihwanya vyo mu bwoko bw’imyungu barabifungura, imihiti  na yo yakorwamwo ibirende n’ibisabo kandi vyaterwa impande y’urugo. Imigirwa y’abarundi ifatiye ku mfungurwa Ivyo biterwa vy’uburo, amasaka, ibihwanya, isogi hamwe n’igitoke
vyarakoreshwa cane mu migirwa y’ukwambaza kiranga, mu migirwa yo kubandwa ( aho
cazira kikaziririzwa kurya ibiharage), canke mu bijanye n’imigirwa yari yemewe
i bwami( nk’aho bavuga ko umwami yavukana imbuto). Uburo n’amasaka na vyo nyene vyarakoreshwa mu migirwa imwimwe yakorwa
ijanye  n’uburimyi. Uburo babujana
kububiba mu murima babuvanze n’umunyota wo mu ziko wavuye ku bisobanywa
vy’urugo vyacanywe muhira, amasaka na yo bayajana kuyabiba bayavanze n’umunyota
wo mu gicaniro c’inka. Ababa bariko barabiba co kimwe n’abariko barubaka
barasaba imana ngo ibarungikire inyamanza(inyoni y’imana) nk’ikimenyetso
cerekana ko ivyo bariko barakora bihezagiye. Imigani ishingiye ku biterwa Mu migani myinshi baca, berekana ko ubutsima ari yo ngaburo ibereye. Mu
gihe c’amapfa, imigani y’abarundi ivuga ko abantu baca baja kurondera aho
bokura uburo canke amasaka. nk’akarorero,
hari umugani baca w’umugabo yahuye n’urukwavu batazira «rwamaheke», ico
gihe inzara yari yateye ruca rumubwira ruti: «zana ico giseke». Hanyuma
rushiramwo umurizo ruramukungutira urubere mu kanya isase igiseke kiba  kiruzuye. Mu mitima y’abarundi b’aho hambere,
ahantu himbuka cane amasaka bavugako hatunze kandi ari heza kuba. Ariko mu tugani n’ibisokozo, imico y’abarundi ntivuga cane imigirwa
n’imigenzo y’ibiterwa vya kera, ahubwo ishimangira ivyerekeye ibiterwa bishasha
mbumbarugo vyazananye ahandi. Aho usanga hari ibintu bitari bike vyanditswe ku
giterwa kimwekimwe bica irya n’ino uruhara rwaco mu gusahiriza mu vy’ubutunzi
mu miryango. Ivyanditswe ku buro bivugako ari igiterwa c’ikinyantete gitangaje
cane, gifise intete nyinshi, kandi ico giterwa nticigera gikura ngo gishikire
ikireho c’umurimyi yagiteye, n’umurimyi akaba atoshobora guharura intumba
(intete) zikigize.   Na yo amasaka, akwiragiye mu kibano, atsimbataza igikorwa, akarwanya
ubunebwe kandi akunga ubucuti mu bantu: «Imvura uko igwa ku masaka, yerekana
ubucuti buri hagati mu bantu». Ibihwanya ngo ni vyo mu muryango, ni nk’umuvyeyi akurikiwe n’abana biwe. Igiterwa c’igiharage, n’igiterwa c’ikwije mu nsanganyangaburo uwo ari we wese adakwiye kwirengagiza. Ikigori cerekana ukurwira, canke ubutunzi. Kigereranywa n’abavyeyi bahetse abana babo. Igitoke na co kigereranya ugutsimbatara, ugushikama kwa nyene itongo. Ubucuti buri hagati y’imfungurwa n’ibinyobwa mu Burundi bwa kera Ibitandukanya ibiterwa vya kera n’ivy’ubu nta bwo bifatiye gusa ku
vyiyumviro  bijanye n’ubutunzi, biravana
kandi n’imigirwa ifatiye ku gufungura n’ingene bikoreshwa mu miryango. Ibiterwa
bikomoka muri Amerika: ibiharage, ibigori, ibijumbu vyarinjijwe mu bifungurwa
vy’abarundi, ariko impeke zikaba zagiye zirakoreshwa mu kwenga inzoga, ni
ukuvuga ko impeke zivamwo inzoga  ihuza
abantu bo mu kibano bose gusumba uko zifungurwa mu muryango. Inzoga ikaba rero
ihuza canecane abagabo gusumba abagore, yunga ubucuti mu babanyi, ubwumvikane
canke imigenderanire, inzoga irakora no mu bijanye n’intwaro. Mu kinjana ca 19 ingo nyinshi zari zibeshejweho n’ibiharage vyarimwa
kandi bigatekwa n’abagore, ariko ikirimba c’abatware canke c’Umwami caguma
gikikijwe n’umurima w’amasaka. Cari igiterwa cerekana ukurwira n’ubushobozi.
Ikoreshwa ry’amasaka ryagiye kugabanuka kuva mu gihe c’ubukoroni, aho
hahindurwa ibijanye n’uburimyi bashaka ko ibiharage n’ibitoke ari vyo vyoshirwa
imbere, ivyo bikaba bifatiye ku mahinduka yabaye mu vy’intwaro, imibano
n’akarangamutima.
Ico vyasigura « kurya umwaka » ku barundi
Ibiringo bibiri nyamukuru vyari bigize umwaka vyatandukanywa n’ibiterwa bibiri bifise akame ka Afirika, ivyo biringo bikaba vyari igenywa ry’uburo mu kwezi kwa ndamukiza na rusama n’ibiba ry’amasaka mu kwezi kwa kigarama. Ubwambere, « umwaka » bwari ubutsima bw’ingano bwafungurirwa mu muryango, baca bavuga ko «bariye umwaka». Urugo rwose rwakoresha uburo bweze ubwambere mu mirima, canke iyo ata bwo bafise bakaja gukaba n’ababanyi babwejeje muri ico gihe n’abo bakabaha ibindi bifungurwa. Ariko ubutsima bwategerezwa gufungurirwa mu muryango. Umugore n’iwe yabucumba hama akabuzanira umugabo wiwe ari bunini buri ku mudahara. Umugabo akabega intore, hama agaha umugore, hama agaha abana ahereye k’ukuntu basumbasumbana mu myaka yongera abipfuriza «umwaka mwiza» avuga amajambo mabi ku bansi biwe : « Uwu mwaka muwurye ntubarye ». Uyo munsi mukuru wakurikirwa no gufungura imfungurwa ziryoshe. Bafungura ubutsima, amata y’ifyufyu, ibihwanya(imyungu), isogo zirunze mu mavuta y’inka (imfungurwa bita ibirunge). Uwo munsi mukuru warubahwa cane. Ivyo vyabonekera ku
dusate tw’ibiti bakoresha mu gukata ubutsima aho bakoresha umurinzi n’umugombe,
ivyo biti bikaba bigize ikigabiro ca kiranga, yambanzwa mu mugirwa wo kubandwa.
Hanyuma harabaho kugera imbavu ku bubakanye. Ukurondoka kw’abantu kwategerezwa
kubangikana n’ukwimbuka kw’ibiterwa. Insiguro y’ « umwaka»: «Umwaka», ahanini kwari ukuri kw’ibivugwa bishingiye ku giterwa c’uburo n’amasaka. Izi ni zimwe mu nsiguro zatororokanijwe mu bakurambere b’ikiganda igenekerezo rya 17 mukakaro 1971: « Tuvuga ko ari umwaka mushasha kuko uburo buba bweze. Turarya rero umwaka w’ubutsima bw’uburo. Mu ntango z’umwaka, ni ho babiba amasaka, ku munsi w’«umuganuro» . Umwaka waribwa mu kwezi kwandamukiza gushira ukwezi kwa rusama (mu mpeshi) kubera uburo, wari umwaka w’abatutsi n’abahutu hama uwo muri kigarama aho bakoresha amasaka wari umwaka w’Umwami. Imbere yo kuvuga ibijanye n’iyo mice ibiri, imiryango
n’intwaro ya Cami, tumenye neza ko ijambo «igihe» rishingiye ku rukurikirane
rw’uburimyi bw’ibiterwa bimwebimwe. Birahimbaye kumenya ko «umwaka» utagize
n’ibiringo vy’amezi ahubwo ko ari urukurikirane rw’ibihe rutangurana n’ihera
ry’ici. Ijambo ryakoreshejwe n’ababajijwe Igishubi n’Ikiganda
mu 1971 ni rimwe mu yahishura ibintu neza: bavuga ko «kwari ukwosa umwaka»,
hanyuma abaganuza bari i Gikonge baba «bawaramiye». Ivyo vyatuma umuganuro
ubaho canke wongera kubaho. Mu kwezi kwa gitugutu bavuga ngo « umwaka uraje»,
mu kwezi kwa kigarama bavuga ngo «umwaka washitse». Umwaka rero waba uko umwaka utashe mu kwezi kwa kigarama
ugatangurana n’ibihe vy’imvura, ukaba watangazwa n’Umwami mu gihe co gutanguza
kubiba amasaka azoribwa haheze amezi ava kuri atanu gushika kuri atandatu,
kandi mu muryango akaba ari ho bayafungura nk’umutsima w’uburo.
Uzi ko mu Burundi ata mwami yahambwa mw’ivu ?
Aho ha mbere hahise, ku ntwaro ya cami, carazira kikaziririzwa ko ingogo (ikiziga) y’umwami ihonyozwa mu nda y’isi. Imvo : arinze atabwa mw’ivu, isi yobaye ihumanye, ntiyosubiriye kumera indya. Urupfu rwiwe rero rwaba rutandukanye n’iz’abandi bantu bose mbere ashengeye bavuga ko ijuru ryakorotse.  Kuva
kera na rindi, abarundi baremera ko umuntu apfuye atagenda akagirire. Ni nk’uko
batigera biyumvisha ko uwabo yabavuyemwo ahubwo nyabuna ngo : « impwemu
nzima yari muri we ni yo yaba ivuye mu kibiribiri maze ikaba iritambatambira mu
kirerere aho hafi yihweza utwo abasigaye bikoza ku muvyimba wayo, bawufashe
nabi bikazobasubirako, bawufata neza naho bakaroranirwa ». Vyemezwa n’umuhinga
Jean Baptiste Ntahokaja mu gitabu ciwe yise « Imigenzo y’ikirundi, 1978 ». Ku muvyimba w’umwami ho vyari
ibindi. Umwami w’i Burundi yaba asanzwe ari nk’Imana mu gihugu ciwe. Icubahiro
n’ubutware vyiwe vyaramwomera naho yaba atakiri muzima.  Bari bazi ko asanzwe afise ubushobozi bwose :
uguhezagira, ukuvuma, ukugaba, ukwaka, ukugerera, ukwangaza, ugukiza n’ukwica.
Kubw’ivyo vyose abantu bamuzigamwo, n’iyo bishitse agatanga, babwirizwa
gushingurana iteka ingogo yiwe, n’icubahiro cinshi. Kwiha
ubuki Abaganwa n’abashingantahe
bakurubakuru bakibona umwami wundi ageze kwima baca batera umwami bati :« Mwami w’i Burundi, uwundi mwami yakuze none
uriha ubuki umubise tumushikirize ».
Uwuri umwami ati : « Nzobiraba ».
Haciye iminsi, umwami yaca ahamagara abatoni biwe n’abaganwa, maze akiha ubuki
(bwaba buvanze n’imiti yica).  Aho rero ntibavuga ko
umwami yapfuye, ahubwo bavuga ko yatanze kuko hapfa abantu basanzwe. Bukeye mu
gitondo abantu bamaze kubimenya, baca bavuga ko ijuru ryakorotse. Kuva ubwo ntawasohora
isuka, baca bamugandarira. Abo bita abanyange b’i
Gatwaro, mu Rusaka mu ntara ya Mwaro, ni bo bari bajejwe ibanga ryo guhamba
umwami. Abo baraheza bakabanguka mu kibanza umwami yatangiyemwo bakanyaga inka
zose zari zihari, ico kirimba bakagisambura, bakanyuranya ibikingi vyaco, ico
haruguru kikaja epfo ic’epfo kikaja haruguru, nk’uko vyagenzwa iyo se rugo
yapfuye. Yafubwa
gute ? Amaze gucikana, Abanyange
baca babanguka bakarerura ikiziga c’uwo mwami bakaja baragisiga ngo ntigihumure
nabi, bakakijana ku nganzo i Muganza (mu ntara ya Kayanza) bagasanga abandi
bubatse akararo (indaro) n’agasenge bagashika barambikako ca kiziga. Baguma
bamuraririye, bacana munsi ya nya gasenge. Baraheza bakahatereka icansi ngo
urunyo ruzomusokorokamwo ruzokorokere muri ca cansi kiguma cuhirwamwo amata na
rwo rwiryoherererwa. Bugingo rumaze gukura
hafi kwuzura ico cansi, ngo baraheza bakarusuka mu gisuku rukabandanya
kwimerererwa neza, eka rukadoha, rwacuzura na co bakarwungururiza mu mpange,
hanyuma mu bwato ngo rugahava rucika intambwe nayo ca kiziga kikazosangukira
kuri ka gasense aho cari cinangarariye hejuru mu cubahiro caco. Ukugandarira
umwami Igihugu cagandara cose
mbere n’ibitungwa bidasigaye inyuma. Nta ngere y’abadasigana bahora bamusavye. Abo, co kimwe n’abaganwa,
abungere, abakamyi n’abandi baraja mw’ihangarizo gushika ku munsi wo kumarirwa.
Kuri uwo munsi nyene ari naho haca himikwa uwundi mwami, bamwe bari
mw’ihangarizo baca bagabana nayo inka zigasubira kurisha n’ugushoka zigashoka. Urupfu rw’umwami rero ngo ntirwategerezwa gusanishwa n’izindi mpfu kuko
rwari urw’umuntu ahambaye cane mu gihugu. Uretse n’ivyo, nimba umuzimu wa se
rugo warashobora gutera abawufashe nabi ukabahana, uwa Se Barundi wo
worushirije kuzanira imivumo igihugu cose ukagihumira mu gihe batawitwararitse
neza.
Inka, kigererezo c’isaha y’abarundi b’aho hambere
Isaha z’abazungu zifasha mu kuraba aho umwanya ugeze zitaraza, abarundi baragenzura ibihe bakabigera. Ntawambara inka ku kuboko, ariko umuhinga J. Baptiste Ntahokaja, afatiye ku matohoza yagize, aremeza ko inka yariyo saha y’ubu mu kugera ibihe vy’umunsi. Aho
hambere hahise, ibikorwa vyararangurwa ukuri kwamye nk’uku kw’uno
munsi kandi bakamenya bati iki gikorwa nja kukirangura ku mwanya uwu
n’uwu. Barahana amasango, bagatumirana eka n’imanza zigakorwa,
kandi aho hose bakamenya bati igikorwa twayaze na naka kiza
kurangurwa ku mwanya munaka. Naho biri uko, kubera ko bapimisha
ikirere ijisho, izuba n’inka bikaba vyo masaha y’uno munsi,
haribonekeza ugucererwa cane. Uko
ibihe vy’umunsi vyari bigabanganije Nk’uko biri mu gitabo ciswe « Imigenzo y’ikirundi » cavuye mu butohoji bwagizwe n’umuhinga Johani Baptiste Ntahokaja, umunsi watangura inyomvyi zitanguye kuvuga, ugahera inka zitashe. Umunsi wari ugabanganije mu bice: hari amugurura, amakama, amaturuka y ‘inka, amataha y’inyana z’ibidogeza, amataha y’inyana nkurunkuru, amashoka, amaturuka y’inyana, amagodoka, ku rya kiberinka, amakwaza, amataha y’inka, umunsi ukaba uraheze. Kubera
ko ivyo bihe vyari bizwi na bose, uwugomvye kukugenekereza igihe
azozira kukuramutsa, ngo  yaguha isango yisunze ivyo bihe nyene, nawe
ugaheza ukabigerereza. N’ijoro
nyene ryari rigabanganijemwo ibice. Ryatangura mu makama bahejeje
kwugarira, hagakurikira amarya, hanyuma amaryama, agacubiro mu gatiro
ry’akavaziko, amikangura ya mbere, igicugu bita mu rinini, mu nkoko
za mbere,mu nkoko za kabiri, mu mutwenzi wa kiyumpu  utukura,
umutwenzi rwero w’inka,wera,hanyuma umutwenzi w’imbwa canke
w’abatwa wirabura, mu nyomvyi bukaba burakeye. Vyarashoboka
ko bashika ku gihe c’isango ata saha? Nk’uko umutama  Sentozo  Jean, umutama w’imyaka 105 aba mu ntara ya Muyinga abimenyesha,  ngo kuko bitashoboka  ko udoma urutoke kw’isaha, ngo haribonekeza ugucererwa cane. Akavuga kandi ko mwavuganye n’umuntu aho muhurira, waba bugereranye umwanya ukagenda ukicara ukaba uramurindiririyeho, canke we akahagutanga, akakurindira. Ngo warashobora kumara n’ikiringo c’amasaha nk’abiri canke atatu y’iki gihe urindiriye umuntu. 🤔 Hataraza ibikoresho vy’ikizungu, Abarundi bitiza izihe ngero mu gupima ibintu? https://t.co/WX1oGVCZJa#Burundi #History #Akahise pic.twitter.com/X7jGgERtm1 Nk’uko Sentozo abandanya abivuga, ngo hariho isaha wewe itamugora kumenya naho atorinze gufatira ku bigererezo vy’inka. Iyo saha nayo ikaba ari iya gatandatu y’umurango. Ngo hakira kuba hiriwe ikirere ciza gusa (izuba rikirirwa ryaka). Ukimuha isango y’iyo saha ngo  ntiwokwihenze ngo arayicererwako. We ngo yakira gucunganwa n’igitutu ciwe gusa, akaraba n’aho izuba rigeze. Burya ngo ikizokubwira ko isaha zitandatu z’umurango zuzuye neza, ngo uravye hejuru  izuba riba ritumberanye n’umutwe wawe ku buryo utorirabamwo, nayo  igitutu ngo uba ugihagazemwo, kikuri mu maguru. . Ngo warashobora kumubwira uti « Nzoza mu nyomvyi », « mu makama », canke « mu maturuka », uwuri uwundi nawe akameya ati ni nko mu mwanya uwu n’uwu.  Naho
batashobora kugema igihe, abarundi barakigerereza bafatiye ku bikorwa
vy’inka, bakamenya bati hagati y’umwanya uwu n’uwu igikorwa
kiraja kurangurwa, bakanahana amasango. Naho biri uko  muri ukwo
guhana isango harabaho ugucererwa cane kuko kwaba ukugereranya.
Umuntu akibaza nimba atariho havuye ka karonda ngo ‘amasaha
y’abarundi’, mu kudeha icererwa ryabo.
Isabukuru y’imyaka 111, umwami Mwezi Gisabo atanze
Hari kuwa gatanu, igenekerezo rya 21 myandagaro mu mwaka w’1908 aho uwo mwami Mwezi Gisabo yatanga, inyuma y’imyaka 56 aganza Uburundi. Mu gihe bamwe mu bashakashatsi bemeza ko yoba yahitanwe n’ibinyoro, abandi bagira bati yahitanwe n’ingwara ya marariya yoba yanduriye mu kiyaya ca Rusizi aganutse avuye kugendera abadagi. Aho rero hari n’abavuga ko yoba yazize umuziro wavuga ko kizira ko umwami abona ikiyaga Tanganyika. Ingoma y’umwami Mwezi yaranzwe n’amahano ndetse n’ibitero  bidasanzwe vyagizwe n’abanyamanga eka n’abarundi nyene. Naho vyari uko, uwo mwami yahagaze rugabo ku bw’ubwenge, ubutwari n’ubukerebutsi bwiwe. Ntivyari vyoroshe na gato, ariko yarakoze ibishoboka vyose ku buryo abera ifuro ry’igiti Abadagi mu ntambara, gushika aho nabo bemeza ko ari « inseruka rukamvye ». Bike mu bibazo yahuye na vyo: igumuka rya Twarereye yavuga ko yibwe ingoma mu gihe yari yayirazwe na se, Ntare; intambara y’Abatare n’Abezi; umugumuko w’uwo bita Rwerekanabirenge mu buraruko bushira uburengero bw’intara ya Kayanza, igitero cagizwe na Biroro mu kiyaya c’Imbo, Rwoga mu bumanuko, Kibango mu buraruko, ndetse n’abagumutsi bakivugangwa na bugingo n’ubu nka Maconco na Kirima. Uwo mwami ntiyorohewe na mba:  hejuru y’ubugumutsi n’intambara zadutse ku ngoma yiwe, harateye ivyago n’ibiza sindamusiga, nk’ikigoyi cateye mu 1880, inzige, ibiza vyamaze abantu, amasho n’ibindi kuva mu mwaka w’1890 gushika mu 1892.
Inamujandi: umunyamareba w’i Ndora yatunganije ubugarariji kugira atuze Ababirigi i Burundi
Mu kwezi kwa mukakaro hagati kw’umwaka w’1934, Uburundi bwari mu ntwaro y’igikoroni y’Ababirigi. Igihugu cari mu bibazo vyinshi uhereye muri poritike, ukaja mu gisata c’ubutunzi ugashitsa no mu mashengero. Mu bwitonzi bwinshi, Inamujandi, yarahagurutse, asaba abanyagihugu b’i Ndora ngo bamufashe « batuze abo bagizi ba nabi maze basubize intwaro abayifitiye uburenganzira »… Imbere ya Inamujandi, hari habanje kwibonekeza imigwi igwanya abakoroni, nk’uwa Runyota. Mu 1922, uwo Runyota yari yarigishije abantu baba ku butaka bwa Kitega, mbere aranaronka n’abayoboke ku butaka bw’i Muhanga. Vyose vyahera bugingo yaba ari mumigirwa yo kubandwa, maze agaheza akemeza ko yahishuriwe ivyo kwomora Ababirigi mu gihugu, ko azoshikana igihugu kuntambwe yo kutagikoresha ifaranga, kandi ko azosubiza ingoma Ntare mushasha. Mu kubihamya, yakoresha imvugo nyuramatwi ivanze n’ivya kera yoraza umuntu ahagaze. Iyo ndyamunyu y’imvuzi yemeza abemeye kwifadikanya nayo ko bakingiwe bihagije: «Amasasu y’abakoroni azocika amazi canke ifu y’ivyema. Abatazoshaka kuvyemera nabo ngo dufadikanye kubagwanya, ni akazi kabo! Amafaranga yabo azocika imipfungo y’umunyota ». Ari naho havuye iryo zina Runyota. Umurundikazi w’intwari Ni mur’ivyo bihe nyene haduka Inamujandi, yitirirwa « umufyitirizi » canke « umunyamageza w’i Ndora » n’intwaro y’igikoroni n’abatwara ico gihe. Uburundi bwatwarwa n’abakoroni b’Ababirigi, bafadikanije na bamwe mu Barundi nyene bemeranya n’ishaka ry’abakoroni.
Akarere ka Ndora karimwo umutware Baranyanka. Uwo, nk’uko vyanditswe n’umuhinga mu vy’akahise Joseph Gahama mu gitabu ciwe yise « Le Burundi sous l’administration belge », yacuditse n’umukoroni. Igikorwa ca Inamujandi cari kije mu bihe bitoroshe. Muri poritike, akarere ka Nkiko – Mugamba kari kamaze kuja mu minwe y’abafadikanije na Baranyanka, kandi kariko gahigwa na Kilima, umwana wa Ntare Rugamba yavukiye i Bushi yari yaragarutse mu Burundi arondera gufata ingoma. « Kilima yari nk’umwami mu gace yabamwo. Yaranaganura eka akanatanga umugisha mu banyagihugu yatwara », nk’uko Emile Mworoha umuhinga mu vy’akahise abimenyesha. Abatware bashasha bari bamaze gushirwaho n’intwaro y’abakoroni ntibari bakiriwe neza. Ivyagiye gusongera isibe, ibibazo vy’ubutunzi vyari bihasanzwe vyariyongereye, ingwara z’ibiza zaduka mu nka, inyuma y’ukuririka ubworozi bwo mu karere ko mu bumanuko bw‘urwanda mu 1932, eka ico kiza gituma imitwe itakara kubw’ubwoba bw’ukwandukirwa. Inzige zo zaheruka kumara imirima y’abantu, ziyisiga yera. « Mu bihe nk’ivyo, hari ibintu vyinshi biba aho usangana abantu buzuye umwiheburo udasanzwe hakaba aho kwambaza. Muri ico gihe ba bavugishwa niho baza bemeza ko batiwe, bahawe ububasha buva ku Mana » , nk’uko Umwigisha Mworoha abisigura. Ivyo vyagaragaye nk’impano kuri Inamujandi, bahavuye banatazira « Mukamana ». Ariko mu vy’ukuri, nta masasu y’ababirigi yacitse amazi. Nta n’uko yacitse ifu y’ivyema. Abagumutse b’i Ndora baratikijwe ata kigongwe, ivyibare vya Inamujandi binyagwa urukombamazi, we azimanganira mu buseruko bw’igihugu inyuma yo gupfungirwa mu Ruyigi.
CLAUDE Nkurunziza
29 juillet 2019 at 9 h 49 min											 Mwari mwagerageje ariko umengo mwiyuviriye nk avakoloni. Inamujandi na Kanyarufunzo bose bava mu muryango w’abajiji ariwo wonyene waruzi ibanga rya Kiranga. Uwo muryango niwo wonyene uvamwo Ntare w’i Nkoma. Twibuke kandi ko ababiligi bariko bakura abo bise abahutu mu butegetsi bahejeje kubita ibikoko (Mu bisanzwe abakoloni baratunganije bongera barashira mu ngiro ihonyabwoko ry’abahutu naho mu nyuma bari gutandukira abatutsi). Ko abajiji babiri bumviwe hageze kwiyamiriza intwaro mbirigi vyerekana ikintu gikomeye. Ariko kubita abanyamareba bisa nico abongereza bita « character assassination »
Hataraza ibikoresho vy’ikizungu, Abarundi bitiza izihe ngero mu gupima ibintu?
N’igihe abazungu batari bwaze mu Burundi, Abarundi bari bafise uko bagera ibintu canke ahantu. Bakoresheje ubuhinga bwabo, uburemere, uburebure, ubwaguke n’ibindi vyose bipimwa vyaragerwa, nk’uko tubikesha umuhinga J. Baptiste Ntahokaja, mu gitabu ciwe « Imico n’Imigenzo ». Ngo ntivyarivyoroshe, ariko vyarashoboka. Imigozi, amacumu, inkoni n’ibishakara vy’amahonda, ni vyo bikoresho bifashisha kenshi mu kugera uburebure. Umutama wa kera ntiwomukangishije imetero yawe ukoresha uwu munsi, asanzwe yifitiye inkoni canke ngo umuzanire iyo saha yawe kuko agisohoka hanze akarangamiza ku zuba canke akaraba aho igitutu kigeze, yaca akubwira isaha atarinze kwiyumvira. Barubaka uburiri, kandi ntiwihende ngo barabura uko babigenza kandi ugasanga burarumanye neza n’abo bwategekanirijwe. Nyene kubukorerwa yakira kuba yegeranye n’uwubukora, uwo agaheza akamugerako igiti kireha na we, ibindi bisigaye yaramenya uko avyitunganiriza. Nayo mu kuringaniza umumezo wo gukwikira isuka, ngo bafata igiti bakagihagarika, kikagera mu rukenyerero rw’impuzu maze bakagihimbura, nayo uwushaka umumezo muremure akagishitsa mu kwaha. Mu gupima ubwaguke babigenza gute? Nk’inzu ngo bayipimisha umugozi. Bafata umuntu, akaryama, akagorora ukuboko aho ageza bakaharambika umugozi; iyo ikaba intambwe imwe; inzu nto ngo yagira intambwe imwe y’umuntu muremure, n’umumezo w’isuka mu gihe inzu nini yagirwa n’intambwe zibiri. Indaro yo ngo yagera umuntu yama agera inzu, akaryama, akagororoka ku kuboko akahaca akamenyetso akongera akahatambika umuhoro bagaca bamenya ingene nya ndaro yagutse canke yaga. Nayo mu kugera ubwaguke bw’igikoresho gishingurwamwo ibintu, bafata ingero ntonto, bakaraba ingero zicujuje. Nk’ikigega ngo baharura incuro zujuje urutete arirwo « igisangaza » (igice c’igitiba catekera amasaka). Urutete na rwo rukaba ari igikoresho cajishwa mu migano rukaguka mu mbavu ntirube rurerure. Urwo rutete ngo umuntu yorwicayemwo agahindukira. Ibisangaza umunani canke icumi ni vyo vyuzuza ikigega. Mpawenayo ni umukenyezi amaze imyaka 60. Avuga ko nawe yakuze abona nyina avomesha inkono. Nako na we ngo yarayivomesheje. Ico gihe, nyina mu gupima uko inkono ingana, ngo yakoresha uruganzu. Umubajije uko inkono ingana, ngo yakubwira igitigiri c’inganzu ziyijamwo. Uburemere…? Ngo baraba umutwaro w’umuntu canke bagaterura mu minwe bakumva ingene ico kintu kiremereye. Ari nk’inyama, ngo baragabura, bakazishira mu minwe, bakumviriza ko zingana canke zisumbanya uburemere. Ruzobavako Gaspard ni umutama amaze imyaka 70. Iwabo ngo bari batunze inka nyinshi. Sekuru ngo yari umuyangayanga. Avuga ko akiri umwana yabona sekuru adandaza inyama ata munzane akoresheje. Ngo kandi vyaragenda neza kuko Se yakeba inyama y’umusoso agahereza uwufise icibo cuzuye umunyu ngo bagaheza bagakaba. Iminzane, imetero n’ibindi bikoresho vyo kugera ibintu bitaraza rero, ngo Abarundi bari bitunganije neza kandi vyose bakabikorana ubwenge budasanzwe ku buryo atawidoga ngo yarenganijwe canke ngo akehanirwe.
Intambamyi abakenyezi bagira ku bijanye n’amatongo
Mu mico n’imigenzo y’ikirundi ugutorana itongo vyamye bikumira umukenyezi canke umukobwa. Umukobwa ntiyigera atorana kwa se wiwe. Kuva kera na rindi, ibijanye n’ugutorana ntivyigeze bihinduka, nta muco vyigeze bijamwo kandi hari abakibona yuko harimwo n’akarenganyo.  Abakurambere bati «Ntamwana n’ikinono». Ariko uwo mwibutsa ntiwigeze ushirwa mu ngiro mu bijanye n’ugutorana mu matongo. Imbere y’ivyo twobanza kwerekana agaciro k’itongo mu mico y’ikirundi. Abarundi bamye bakunda cane itongo kandi bakavyerekana. Itongo barazwe na basekuru, itongo rishinguwemwo ababo, itongo ribafasha kugumana ubuntu bwabo, itongo bahanahana hagati y’abana b’abahungu bavutse mu muryango umwe… Itongo ni ikintu umurundi wese w’umutima yiyumvamwo. Ni naho kenshi wumva aba n’abandi bavuga bati jewe harya ni ho nataye uruzogi. Itongo kandi hari abarifata nk’iry’umuryango. Ugasanga umuryango runaka wiharije umusozi ugasanga iryo tongo ni ryo buraro n’uburamuko bafise.
Bisigura ko itongo ry’umuryango ryegukira abari mu muryango wa se rugo.Mu gihe rero Uburundi ari igihugu aho hatorana abagabo, birumvikana neza yuko umukobwa atakibanza yari afise canke yahabwa mu gihe co gutorana. Umukobwa mu basirwa abarundi ntibemera yuko ajamwo. Bavuga bati umukobwa azotorana iyo agiye kwabirwa, “ Mu Burundi”, nta co aba afise avuga kw’itongo yavukiyemwo. Ku ntwaro ya cami, umwana w’umukobwa ntiyahirahira ngo asabe kuzoronka ibisigi. Na vyo kenshi vyaba bigizwe n’itongo canke inka hamwe n’ibindi bintu aba yararondeye nk’itongo ry’umuheto. Imigenzo y’ikirundi yari ifise uko itegekanya ibijanye n’ukuronka itongo. Ibimenyerewe cane ni ibijanye n’itongo ry’umuryango. Akenshi itongo mu Burundi umuntu yarironswa ari uko arirazwe n’abavyeyi biwe. Ugutorana rero biri ubwoko bubiri: hari ugutorana ikintu usize urazwe n’abavyeyi hamwe n’ugutorana ikintu utakirazwe n’abavyeyi bawe. Ugutorana ikintu utakirazwe n’abavyeyi vyashika mu gihe abavyeyi baba bapfuye giturumbuka ugasanga ntibaronse umwanya wo gusiga bavuze ingene abana babo bazogabangana ibisigi. Ivyo vyaba biraba abana bavukana kandi b’abahungu gusa.
Mu bana bashobora gutorana haba harimwo abazwi n’umuryango ku mugaragaro hamwe n’abandi bana bashobora kuba bavutse mu kinyegero ku bandi bagore ariko se rugo akaba abemera nk’abana biwe. Ariko umukobwa canke umukenyezi aba imfura canke umuhererezi nta burenganzira yari afise bwo gutorana. Pages : 1 2
Cédric
5 juillet 2019 at 23 h 48 min											 Ivyugutorana jewe namye mbona karikibazo curukundo hagati yabavukanyi ingorane zose Ziza mugihe mudakundana kandi mufise ubukene mumuryango kubwanje umuryongo wose uteye imbere ntakibazo cugutorana cosubira;ariko ko bimeze uko inyishu yoba iyo kwumvikana ibisigi bikaba ivyo gufasha imiryango ikenye mumuryango wanyu
Ni twese duhimbarwa n’amazina duhabwa n’abavyeyi? Intimba y’umunyeshure Munuko Céline
Kuva kera na rindi mu mico n’imigenzo y’abarundi harabaho umugirwa wo kwita izina umwana ndetse n’iminsi mikuru itandukanye ikahaba. Naho biri uko, bivanye n’uko ayo mazina atamenyerewe muri ibi binjana, bamwe mu rwaruka rw’uyu munsi ntibishimira ayo biswe kubw’ukutamenya insiguro yayo. Igihe co kwita izina umwana kigeze, aho hambere hahise, imiryango yaratumirwa, ababanyi bakagandagaza, inzoga zikanyobwa, eka ibirori n’imigirwa itandukanye bikaba kuko umwana yaba adondowe, yaba aronse ikintu gikomeye cane kizomuranga ndetse kikamumenyekanisha aho ageze hose, kikamuha ikibanza mu muryango no mu babanyi. Umwana yakurana izina ahawe uko riri kwose kandi akarinezerererwa. Ni koko n’uno munsi amazina aracatangwa ariko ivy’ihimbazwa ry’iminsi mikuru kuri bene uwo munsi bisa n’ibiriko biratituka eka n’amazina atangwa ntiyakirwa kumwe na bene kuyahabwa. Hari ababivuga bavyeruye ko banezerererwa amazina biswe n’abavyeyi babo bakayirata ndetse bakanayaratira abandi, ariko kandi hari n’abidodombera mu mpfukupfuku na bugingo n’ubu bivanye n’ingaruka mbi babona amazina yabo afise ku buzima bwabo. «Ntiryigeze rimpimbara na mba» Yicurikiriye ahandi naho asa n’uwiyanse umwigeme w’umunyeshure Munuko Céline atwiganira ibibazo afise kubw’izina ryiwe ati: «Ndarushe mu mutima. Kuva nca ubwenge mpamagarwa Munuko, Céline ntirivugwa, n’uwudafise ico ambwira arampamagara vyonyene kugira ankekeze. Ndarushe. Sindi mu bandi. Abavyeyi banje barandiye! Ndababajije icatumye barinyita bambwiye ngo ni iry’umuryango. Ntako nabakunda, ariko igihe cose nibutse ko niswe Munuko kandi ataco ndibukore ngo ndaryikureko numva ndabanse kuko bankoreye ico kizina ntaribushobore kwitura. Nagerageje kwiha udutazirano dutandukanye twiza ngo ndabe ko iryo Munuko ryomadukako ariko vyaranse… Nkibaza ico nacumuye ku Mana nkakibura. Mwishure ho ni ibindi. Ngira gutwengwa n’abanyeshure n’abigisha nabo kubw’iryo zina ryanje nkumva umenga n’uguheba noheba… Ntirimpimbara na mba kuko usivye ko bamwe mu basore bandesha bambwira ko ataco mbaye, hageze kwidondorana birangumira cane nkaheza nkavuga celine gusa irindi nti azoribonera kuri karangamuntu canke aryumve ku bandi ariko naho nyene nkaguma mfise amakenga ko akirimenya ivyanje nawe bizohava birangirira aho». Amazina y’ikuzo Philippe Ntahombaye, umwigisha wo muri Kaminuza y’Uburundi yatohoje yongera yandika igitabu «des noms et des hommes», agira ati:«Si ibizina nkuko benshi babivuga uno munsi. Ego hariho amazina ndoramana ariko kandi n’ayatari ndoramana ni Ndorajambo kuko kuva kera na rindi atazina bapfa kwita umwana atacisunzwe.hari amazina bashobora kwita umwana kugira bamukingire urupfu,ay’ubutwari,ayafatiye ku miryango nkomoko, ayafatiye ku rusaku …» Abiswe amazina ndoramana bo arabahimbara. Abo ni nka ba Irankunda, Irambona…
Imwe mu migwi y’amazina y’abantu n’insiguro yayo nkuko vyerekanwa na Philippe Ntahombaye Amazina y’abantu afatiye ku bikoko: Kabwa, Gakwavu,… Umwana bamwise Kabwa suko yaba yankwa n’abavyeyi eka si nuko bene kurimwita baba bashaka kumukengereza ahubwo nyabuna kumwita iryo zina kwaba nk’ukumwambika igitinyiro canke inkinzo imukingira urupfu kuko gutwara akabwa bisa n’uko ataco rwoba rutwaye. Amazina afatiye ku gahumuro kabi: Biyorero, Mangati,… Abavyeyi bise umwana Mangati, ntibaba bagomba kuvuga ko umwana wabo Mangati anuka, bo baba bagomba gusatira urupfu barwereka ko rutokwirirwa ruriyanduza mu gutwara umunuko kumbure abamota batabuze. Amazina afatiye ku kantu ataco kamaze nka Busa, Kanonko,… N’aha berekeza ku rupfu bati:« Gutwara ubusa canke akanonko vyokumarira iki ga rupfu, wee…nubwo vyoshika ukamurya woba usa n’uwufyese iminwe misa…». Amazina afatiye ku rupfu: Rupfu,… Aho naho abavyeyi baba bashaka kwereka urupfu ko gutwara umwana wabo ari nko kwitwara rwo nyene gutyo bakiyumvisha ko ruzoca rumutinya. Urwaruka rwitwa amazina ndoramana rero ntirugashimange bagenzi barwo ukundi, abatiswe ndoramana nabo ntibakanke abavyeyi babo canke ngo biyanke kuko amazina ndoramana ari umugwi umwe mu yindi myinshi y’amazina. Aho rero abavyeyi nabo bagerageze guturiza abana babo imitima iyo babita amazina.
guy
5 juillet 2019 at 13 h 40 min											 j nibaza ko kwita umwana uko vyarii vyakeraa hoho abantu batahura insiguro irinyuma yiryo zina ariko ubu hoba harimwo agahohotero kumwana.
Ngibi ibituma abakenyezi (birimizi) baronswa ingurane rusangi ku bwinshi ugereranije n’abagabo
Apollinaire Manirakiza, umuyobozi w’igisata kiraba ivy’ubutunzi bw’abanyagihugu birimizi mw’ishirahamwe « Fenacobu » (urunani rwama « COOPEC » mu Burundi) aratanga umuco kuri ivyo biharuro vyatanzwe : « Dufatiye ku bitigiri vy’abaka ingurane, dusanga muri rusangi abagabo ari bo bayironswa cane ugereranije n’abakenyezi. Imvo ni uko abagabo usanga ari bo bafise ibintu vyinshi bakora vyinjiza amafaranga, bakagira amatungo nk’uko imico n’akaranga vy’abarundi bivuga ko Serugo ari we afise ububasha ku matungo y’urugo. Ivyo bituma rero ari bo bayihabwa kuruta (kuko ari bo bafise n’ivyo boriha). Gomba murabe, akarere karaba ivy’ama-Coopec mu bumanuko bw’Uburundi kerekana ko abahawe ingurane yasabwe ku giti cabo benshi ari abagabo : ku bakiriya barenga 23.000 batwituye, abakenyezi bashika 23% gusa. Bitandukanye no ku ngurane rusangi y’amafaranga make aho n’umunyagihugu w’uburyo bubayabaye ashikirwa.  Nk’akarorero, ni gake wosanga umuntu w’umugabo agiye kwaka ingurane y’amafaranga 50.000 ngo agiye kudandaza inyanya. Ikindi na co iyo ngurane itangwa ku bari mu mashirahamwe matomato ntisaba ubwishingizi mu mabanki. Ni aho rero uca usanga abakenyezi baje gusaba ingurane ari benshi. » Uko iyo ingurane rusangi ikora … Manirakiza agira ati : « Muri Fenacobu, twarabonye ko ubwo bwoko bw’ingurane bwatangujwe mu mwaka wa 2018 bwahurumbiwe cane. Kubw’ivyo twaciye dushiraho abakozi bajejwe gukurikirana ivy’iyo ngurane gusa kuko nimba dushaka kwikora neza, bizovana n’ukuntu ivyayo bitunganije haba mw’itangwa canke mw’irihwa ryayo : uwo mukozi ategerezwa kwama ari hafi y’abahabwa iyo ngurane, akamenya neza ko umugwi w’abunze ishirahamwe nyene kwaka ingurane arimwo ufatanye mu nda, ikoreshwa neza ry’iyo ngurane, n’ibindi … ». Désiré Iraboneye, umukozi ajejwe gukurikirana ivy’itangwa n’ikoreshwa ry’iyo ngurane rusangi mu ntara ya Makamba, twahuye ari mu kazi kiwe ka minsi yose ko kugendura imigwi yatse ingurane rusangi, araheza arasigura uko abigenza : « Kuva mu mwaka wa 2018, hafi ku mutumba uwo ari wo wose mu yigize intara ya Makamba hari imigwi irenga ijana igizwe n’abantu kuva kuri 5 gushika 10. Imbere yo kubaha ingurane, tubanza kubaronsa inyigisho zimara nk’indwi 6 canke 8 zerekeye ikoreshwa ry’amafaranga. Izo nyigisho kandi zitangwa kugira ngo hihwezwe ingene abo bantu biteguriye kurangura imigambi yabo. Ni mu ntumbero kandi yo gukinga kugira ngo iyo migwi ntizohave isambuka igihura n’intambamyi ya mbere ». Léonie Nininahazwe, umwe mu bamaze kuronswa ingurane rusangi mu ntara ya Makamba. Agira ati : « Umugwi wacu ugizwe n’abakenyezi 5 hamwe n’abagabo 2. Ubwa mbere twahawe ingurane y’ibihumbi 350000, ni ukuvuga ko umwe umwe yahawe 50000, hari mu 2018. Ico gihe COOPEC yaduhaye ukwezi kumwe kw’ukwitegura, turaheza dutangura kuza turariha ayo dusabwa ku kwezi ku kwezi (10.900Fbu). Nahereye ku kudandaza inyanya, mu minsi itatu nkaharura nkasanga nungutse amafaranga 5.000Fbu. Ubu ndakora, nkarangura nkongera nkaranguza inzoga. Nunguka ayari hagati ya 3.000Fbu na 4.000Fbu ku munsi ». Intumbero nyamukuru ituma « COOPEC » itanga ingurane rusangi, ni ugufasha abayironka gushika ku rugero rwo kwikorera utwabo bakoresheje n’imitahe yabo : « Mu bice 2 iyo ngurane itangwamwo ku mwaka, umunywanyi w’ishirahamwe wese ahabwa 50.000 akayasubiza mu kiringo c’amezi 6, maze akaja aratanga amafaranga 4.500 ku gice. Mu gice kigira 3 n’ica 4, umunywanyi ahabwa ingurane ya 100.000Fbu, akariha 21800 ku kwezi. Mu nyuma baraheza bagasabwa kwuguruza amakonti yabo muri Coopec kugira ngo bashobore kuzoronswa ubundi bwoko bw’ingurane ». Bishikirizwa na Manirakiza. Nk’uko biri mu cegeranyo ibanki nkuru y’igihugu BRB iheruka gushira ahabona cerekeye itangwa ry’ingurane mu gihugu cose, abakenyezi baronka ingurane ku rugero ruto ugereranije n’abagabo, haba ku yisabwa ku giti c’umuntu canke iyisabirwa mu mashirahamwe : Abagabo bayironka ku bice 77,19% mu gihe abakenyezi bayironka ku bice 58,08 % mu makonti y’ingurane. Ubudasa bubonekera neza mu buremere bw’ingurane zitangwa: Abagabo bafise ibice 77,96 % bwazo haba kuzisabwa ku giti c’umwe umwe,  ku bari mu mashirahamwe na ho bagashika ibice 86,42 %. Twizere yuko aho buca ibanki y’abakenyezi itangura gukora ubwo busumbasumbane buzogabanuka … Mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi « Tuyage » ufashwe mu     mugongo na USAID, ikinyamakuru Jimbere cifadikanije n’ishirahamwe    Search For Common Ground Burundi mu gikorwa co kwandika inkuru zijanye n’ivy’ubutunzi mu gihugu.
« Turafise ubwoba ko inyuma y’ikiza ca coronavirus bazohava bakena cane kuruta mbere »
Kubero ico kiza, ibihugu bigize akarere ka Afirika y’ubuseruka vyarasohoye itangazo kuwa 25 Ntwarante 2020 rimenyesha ingingo zidasanzwe zafashwe, nk’ukuba haragabanywa uruja n’uruza ku mbibe z’ivyo bihugu ariko ibidandazwa vyo bikabandanya bihererekanwa eka n’ayandi mabanga akarangurwa. Aka gahengwe ntikahawe abakora urudandaza njabukambibe rutoruto … Nk’uko vyerekanwa n’ibanki nkuru y’igihugu c’Uburundi (BRB) igiciro c’ivyinjiye n’ivyasohotse biciye mu rudandaza njabukambibe rutoruto cagera imiriyaridi 92 zirenga z’amarundi mu mwaka wa 2018. Uno munsi ku mipaka, abatwara imiduga mininiminini ihetse ibidandazwa hamwe n’ababafasha (convoyeurs) ni bo bonyene bemererwa kubandanya urugendo mu gihe ahanini uburyo bwo kwunguruza ibidandazwa bwari bumenyerewe gukoreshwa n’abakora urudandaza njabukambibe rutoruto bwari amapikipiki (ibice 51% vy’ibidandazwa bijabukanwa) hamwe n’umutwe (ibice 48% vy’ivyinjizwa mu Burundi). Bienvenu Hicuburundi aserukira umugambi wiswe « Mpaka, shamba letu» mw’ishirahamwe Afrabu, rihurikiyemwo abakenyezi barenga 100 bakora urudandaza njabukambibe rutoruto, mu Gatumba, arigana ibibazo bafise abo bakenyezi kuva aho imbibe zugariwe : « Imbere ya vyose, birakwiye ko haba ugutahura kuko urwo rudandaza rutandukanye n’urumenyerewe. Ni urudandaza usanga rukorwa n’abantu bafise uburyo buke kandi babeshejweho n’ako kazi nyene. Aba, birigwa biruka barondera icorirenza. Abakenyezi bakora urwo rudandaza, kenshi bashora ivyamwa n’ubundi bwoko bw’ifungurwa. Ugiye kuraba usanga umutahe wabo udashika ibihumbi 100 vy’amarundi, ku munsi bakunguka hagati y’amafaranga 5.000 na 10.000. Bisigura ko ata n’aho bokura uburyo bwo kwunguruza ibintu mu miduga nk’uko abandi babikora ». « Gutakaza ako kazi bisa n’ugutakaza icobahesheje agateka n’ijambo » Udufaranga twava muri urwo rudandaza twafasha eka mbere tukanabubahisha mu kibano : « Kubw’utwo dufaranga, abakenyezi barasahiriza muri vyankenerwa vyo mu rugo ku rugero rumwe n’abafasha babo. Hari n’abo usanga ari abapfakazi. Aba, baraheza bakibeshaho, bakiyungunganya uko bashoboye, bakigisha abana, bakabavuza eka bakisuganya muri twinshi. None ko muri ino minsi bariko barikora kuri ka gatahe bahora bavyaza umusaruro barondera kwibeshaho (kukaba nkako nta kundi bari bubikike), aho buca baburira ikibinjiriza n’udufaranga na duke, ca kibano cahora kibubaha kizosubira kubabona nk’abafise ijambo. »  Bigize n’ikirikora, imvura idasanzwe yaguye ku wa 19 Ndamukiza 2020 yatumye inkombe z’uruzi Rusizi zirengerwa maze rwiyarira mu mazu y’abantu. Icegeranyo cakozwe cerekanye ko amazu ashika 7.000 yamizwe n’amazi, himuka abantu hafi 40.000 kandi bamwe muri ba bakenyezi bakora urudandaza njabukambibe bari baraharimiye, vyose bitwarwa n’indirima. Mu ntara ya Makamba na ho nyene hari ahakorerwa cane urudandaza njabukambibe aho ibidandazwa vyinjira ku bice 37,2%, bamwe mu badandariza kw’isoko baramenyesha ko bari mu ruhombo rudasanzwe. Juma, yibuka n’akababaro ingene urudandaza rwari rwifashe : « Imbere y’ikiza Coronavirus, twakora neza. Jewe nakunda kurangura ibirato vy’abagabo. Kenshi nadandariza mu nzira ivyo naranguye, mu nzira nkumva terefone zikurakuranwa bambaza aho ngeze ngo banshorere ». Ubu icipfuzo ciwe, ata nkeka gisanfiwe n’bandi badadanza, akaba aruko ico kiza corangira : « Uno munsi ho dusa n’abirigwa biyicariye kw’irigara nyene, ataco umuntu akora ntakundi. Ese icoduha imipaka igasubira ikugururwa ». Twobibutsa ko mu masoko yo mu bihugu vya Kongo na Tanzaniya ari ho hasohorerwa cane ibidandazwa (56%) hakaba kandi ari na ho ibitari bike birankurirwa (43%). Ikindi na co n-uko mu gihe mu bihugu bitari bike vyo muri Afirika usanga urudandaza rutoruto rukorwa n’abakenyezi, mu Burundi ho abantu 8 kuri 10 bakora umwuga w’ubudandaji ari abagabo. Mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi Tuyage ufashwe mu mugongo na USAID, ikinyamakuru Jimbere cifadikanije n’ishirahamwe Search For Common Ground Burundi mu gikorwa co kwandika inkuru zijanye n’ivy’ubutunzi mu gihugu.
Uburyo Reta itegekanya mu mwaka wa 2020-2021: ngaha aho amafaranga azoja
Uburyo Reta y’Uburundi itegekanya kuzokoresha mu mwaka wa 2020-2021 buheruka kwemezwa n’inama nshingamateka ku bice 100% : igihengeri c’imiriyaridi 153,2 Fbu ni co kiri mu gateganyo k’ayazokoreshwa, yose hamwe amafaranga Reta izokoresha akaba arenga ibice 10,8 % ufatiye ku yazokwinjira … Ugereranije n’amafaranga yari yategekanijwe mu mwaka wa 2019-2020, integuro y’amafarnga y’umwaka wa 2020-2021, azotuma haba iyongerekana ry’ubutunzi ku rugero rwa 4,3%. Imiriyaridi ziharurirwa mu 95,7 Fbu ni yo mafaranga yiyongereye mu nteguro ya 2020-2021 ugereranije n’ayo Reta yari yarategekanije mu mwaka wa 2019-2020 (yavuye ku miriyaridi 1327,08 aja ku 1422,81. Ni ukuvuga ko yaduze ku rugero rw’ibice 7,21%). Dufatiye ku mafaranga Reta yari yategekanije kuzosohora mu 2019-2020, dusanga hongeweko ayababa imiriyaridi 59,6 Fbu mu yagiye kuzokora mu 2020-2021 (yavuye ku miriyaridi 1516,4 Fbu aja ku 1576,03 Fbu. Ni ukuvuga ko yiyongereye gushika ku bice 3,9%.) Igihengeri c’uburyo butegekanywa gukoreshwa caciye kigabanuka : cavuye ku miriyari 189,3 Fbu (3,02%, PIB) mu 2019/2020 gikorokera ku miriyaridi 153,2 Fbu (2,17% du PIB) mu ntegekanyo ya 2020/2021. Ahanini amafaranga Reta itegekanya kugoresha akaba azoshirwa nko mu mishahara y’abakozi (imiriyaridi 465,4 Fbu kuri imiriyaridi 946,5 Fbu). Ku rundi ruhande, iyo poritike yo kuzirikana igihengeri kiri mu buryo bwategekanirijwe umwakawa 2020-2021 izotuma amadeni igihugu cahora cinjiramwo agabanuka : azova ku miriyaridi 175,0 Fbu (2,7% ya PIB) mu 2019/2020 akorokere ku miriyaridi 138,9 Fbu (1,97% ya PIB) mu 2020/2021. Uburyo Reta yategekanije buzotangwa ku bisata nyamukuru nk’uko biri mu mugambi w’iterambere mu gihugu « PND 2018-2027 » Ku wa 21 Ndamukiza 2020, umushikiranganji w’ikigega ca Reta Dr Domitien Ndihokubwayo, yari yatumiwe mu ngoro y’inama nshingamateka. Mu vyo yasiguye bijanye n’itegeko rigenga amafaranga azokoreshwa yamenyesheje ko ku bijanye n’ishirwa mu ngiro ry’amafaranga yategekanijwe mu 2020-2021, hazoguma hashirwa imbere ndetse hanisungwe Ibisata nyamukuru nk’uko biri mu mugambi w’iterambere mu gihugu « PND 2018-2027 ». Mu ntumbero yo kuzamura ubutunzi, hari amafaranga azohora ashirwa mu bisata vya Reta biza imbere y’ibindi. Ivyo bisata ni ibiduza ubutunzi bw’igihugu nk’uburimyi (imiriyaridi 107,5 Fbu), ubutare n’amasoko ntanganguvu (imiriyaridi 126,8 Fbu), igisata co gutwara abantu n’ibintu (imiriyaridi 64,3 Fbu) ; igisata c’umutekano (imiriyaridi 83,8 Fbu), igisirikare ( imiriyaridi 1291,2 Fbu) ; igisata c’indero (imiriyaridi 321,7 Fbu), amagara y’abantu ( imiriyaridi 223,8) ; … Hamwe n’ivyo, ubwo buryo bwategekanirijwe kuzokora mu 2020/2021, biboneka ko buzohura n’imyitwarariko ikomeye ya Reta. Aho twovuga nk’ibikorwa vyo gushigikira imigambi y’iterambere y’amakoperative yo ku mitumba (Hazokoreshwa imiriyaridi 87,8 Fbu), gukurikirana poritike yo gutanga uturusho mu gisata c’ubuvuzi hisunzwe ubukerebutsi n’ubushobozi bw’abakozi (imiriyaridi 26 Fbu), gushira ikirenge ca Reta mu mabanki y’uburimyi n’iy’abakenyezi (imiriyaridi 3 Fbu), umugambi w’iterambere ushobora gutuma hatangwa ubuzi (imiriyaridi 31,4 Fbu), … Mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi Tuyage ufashwe mu mugongo na USAID, ikinyamakuru Jimbere cifadikanije n’ishirahamwe Search For Common Ground Burundi mu gikorwa co kwandika inkuru zijanye n’ivy’ubutunzi mu gihugu.
Amahinguriro 7 kuri 10 akomakomeye mu Burundi  akorera mu gisagara ca Bujumbura
Si kuri gusa kuba Bujumbura, igisagara giteye mu burengero bw’igihugu c’Uburundi, ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika, caragenwe ngo kibe umugwa mukuru w’ubutunzi : ivyigwa vyakozwe na kaminuza yitiriwe ikiyaga Tanganyika mu kwezi kwa Gitugutu, umwaka wa 2011, vyerekanye honyene ko ibice vyababa 83% vy’igisata c’imbuka biri i Bujumbura… Urutonde rw’asohowe n’ikigo kijejwe gutororokanya ibiharuro Isteebu (2019), hisunzwe amafaranga yinjiye n’igitigiri c’abakozi bahawe akazi n’amahinguriro, ku mahinguriro 10, aza imbere y’ayandi, 7 akorera mu mazone yo ku mugwa mukuru w’ubutunzi ari yo Ngagara, Buyenzi, na Rohero, nayo 3 asigaye agasangwa muri Muramvya na Rutana. Nguku uko akurikirana uhereye kuyiza imbere y’izindi uja ku yihereza : Brarudi, OTB, Sosumo, Savonor, Azam, Buceco, Minolacs, Afritextile, BTC et Stecol Corporation. Igisata c’ikigo Isteebu kijejwe ivyigwa n’ugutororokanya ibiharuro ku mahinguriro kiratanga umuco kur’ivyo biharuro : « Ku mahinguriro akorera mu turere dutandukanye, dufata ko zikorera aho ibiro bikuru biri. Arashobora kuba afise inganda, amadandarizo, ubushinguriro bw’ibidandaza, za « laboratoires » ahatandukanye, ariko kenshi usanga ibikorwa nyamukuru vy’iryo hinguriro biba birangurirwa ku biro bikuru. » Hamwe n’ivyo, nk’uko biri no mu bindi bisata bigize ubuzima bw’igihugu, ivyigwa vyakozwe vyerekana ko abagabo bakorera muri ayo mahinguriro ari bo benshi : ku bakozi 7500 (ica kabiri c’abo bakorera mw’ihinguriro Sosumo), abakenyezi baserukiwe ku bice 7%. Mwokwibuka ko umwimbu w’igisata c’amahinguriro mugihugu ukiri hasi cane : ku mwimbu w’ibice 17% ku mwaka (PIB), hakoreshwa abakozi bangana ibice 2%. Mu mpera y’umwaka wa 2019, ikigo ISTEEBU camenyesheje ko ku mahinguriro 10 akomakomeye, 5 ari ayahingura ibifungurwa canke ibinyobwa. Mu mwaka uheze, igihe mu Burundi hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe amahinguriro nyafirika, Olivier Suguru arongoye ishirahamwe ry’amahinguriro mu Burundi AIB, yagarutse ku ntambamyi ico gisata gifise. Yagize ati : « Amahinguriro yo mu Burundi afise ingorane nyamukuru yo kubura inyubakwa eka no kutagira abakozi bavyigiye, kuko hari n’abo usanga ivyo bize bidahuye neza n’ivyo baba bakenera hato na hato ». Hejuru y’ivyo vyose, twomenya ko ibiharuro vyo gusahiriza amahinguriro mu mabanki biri hasi cane muri iki gihe : « Mu myaka ya 1980-90, ico gisata cashigikirwa ku bice 16%, mu gihe igisata c’ubudandaji co cahabwa ibice 40%. Mu ntango y’imyaka ya 2000, igisata c’amahinguriro cari munsi y’igice 1%, mu gihe ic’ubudandaji caduze gishikira ibice 70%. Naho biri uko, uno munsi igisata c’ubudandaji kigenda kirahomba buhorobuhoro amafaranga kironka, amahinguriro akaboneraho, naho agifise nyene ibice biri munsi ya 10% », nk’uko vyagaragaye mu gice kigira kabiri c’Ihuriro ridasanzwe ry’amahinguriro. Mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi Tuyage ufashwe mu mugongo na USAID, ikinyamakuru Jimbere cifadikanije n’ishirahamwe Search For Common Ground Burundi mu gikorwa co kwandika inkuru zijanye n’ivy’ubutunzi mu gihugu.
Mu 2019, ibanki BGF yungutse kabiri karenga ivyo yari yungutse mu 2018
Kuva mu ntango y’umwaka wa 2019 gushika mu mpera zawo, ingurane yatanzwe yiyongereye ku rugero rw’ibice 16,32% (yavuye ku miriyaridi 77,8 ishika ku 90,5) nayo amafaranga yabikijwe yiyongera ku bice 34,37% (yavuye ku miriyaridi 96 ashika ku 129). Naho intambamyi zitabuze, imigambi ya BGF yarabandanije mu ntumbero yo gutunganiriza abanywanyi bayo, n’ubu ikiriko. Duhere ku cegeranyo c’ivyaranguwe: n’ubwo intambamyi zitabuze, ibanki Banque de Gestion et de Financement (BGF) yagiye iratera imbere biboneka. Icegeranyo cakozwe cerekanye ko amafaranga yakoreshejwe mu mwaka wa 2019 yashitse imiriyaridi 270 z’amarundi (yiyongereye ku rugero rw’ibice 107% ugereranije n’ayakoreshejwe mu mwaka wa 2018). Hamwe n’ivyo, umwimbu wiyongereye ku bice 237% ugereranije na 2018, BGF iba yinjije imiriyaridi 8,5 mu mwaka umwe gusa wa 2019. Kuba ibanki BGF yaronse umwimbu ushimishije nk’uwo ntivyizanye: Harabaye ibikorwa vyo gutunganya gushasha ingene iyo banki ikora mu ntumbero y’ukworohereza abayitura. Si ivyo gusa, ingingo zitandukanye zagiye zirafatwa n’urwego rubijejwe, vyihutirwa hatibagiwe ishirwa mu ngiro ry’umugambi wa 2017-2021 iyo banki yihaye. Vyashikirijwe kuri uwu wa 20 Ntwarante 2020 aho inama nyobozi ya BGF yakorana n’abanyamitahe bayo, kuri Royal Palace Hôtel, mu ntumbero yo kugira umwirimburo w’ingene bakoze ndetse banigire hamwe n’ibindi vyokorwa kugira ngo barushirizeho gushikira n’ugutunganiriza abanywanyi. 🔴 Pour accompagner davantage la croissance de la BGF, et augmenter la part de marché, les actionnaires de la banque ont décidé de doubler son capital social passant de 13,6 à 28 milliards de FBu, ce qui va positionner la BGF parmi les banques au #Burundi les plus capitalisées pic.twitter.com/oM3U5Avfrn Kuba ibikorwa vy’ibanki BGF vyariyongereye ku bice 237% ntivyizanye Intambamyi ntizabuze kuhaba. Ariko inguvu n’ubuhinga bwo guhangana na zo vyatumye ivyamwa vy’umwaka wa 2019 bitera bija imbere. Hari nk’ingingo zihuta vyaba ngombwa ko zigenda zirafatwa mu ntumbero yo kuzamura ivyaba bigomba bibe nabi. Ikindi naco, inyungu yagiye irahabwa abanywanyi hisunzwe amafaranga baba babikije, ariko kandi n’ivyagiye birarangurwa ari nk’ukugura ibikoresho bifasha kugira ngo ibikorwa bibandanye bigenda neza… Ibindi vyagiye birakorwa ni nk’ugukurikiranira hafi n’ukwitwararika abanywanyi, ishingwa ry’umugwi uraba ibikorwa vya BGF, ishirwaho ry’ubuyobozi bushasha bukurikirana ishirwa mu ngiro ry’ingingo z’ibanki nkuru ya repuburika y’Uburundi BRB, gukinga impanuka, ibikorwa vy’ukurimbura aho umugambi wa 2017-2021 ugeze n’ibindi. BGF ntihengeshanya kwiyumvira ku banywanyi bayo Hari imigambi myinshi ibanki BGF igiye kuzorangura mu mwaka wa 2020 mu ntumbero yo gushikira no gutunganiriza abanywanyi bayo : hari nk’iyugururwa ry’ibiro n’imiburiburi bibiri i Kobero mu ntara ya Muyinga no mu kindi kibanza izomenyesha bidatevye, yongere yugurure imiryango ibiri « guichets » mu gisagara ca Bujumbura. Iyobanki igiye kuzomenyesha ibidandazwa vyayo bishasha yongere itsimbataze ubuhinga isanganwe nk’ubw’ibanki yo ku rubuga ngurukanabumenyi (Internet Banking), ibanki ngendanwa (Mobile Banking)… Avec un réseau de 16 agences implantées dans 11 provinces du #Burundi, dont 6 dans la seule ville de #Bujumbura, la BGF a créé plus ou moins 300 emplois dont 40 en 2019, selon le DG de cette banque fondée en 1996 pic.twitter.com/GO83FdYcQ8 BGF igiye Kwiyunga n’ubuhinga bwo guhahana amafaranga mu gihugu cose « Switch monétique national » mu ntumbero y’ukworosha ibikorwa muri iyo banki ndetse n’ukworohereza abanywanyi, kugwiza inyubakwa zayo… Inama nyobozi ikaba yashimiye abagize uruhara bose kugira ngo ibikorwa vy’umwaka wa 2019 mw’ibanki BGF bigende neza baba abanyamitahe, abakozi bayo bitanze batiziganya hatibagiwe abanywanyi badahengeshanya kuyizigira n’ukuyitura.Hamwe n’ivyo, inama nyobozi ihamagarira abo bakorana bose kuja ku kivi kugira ngo n’umwaka wa 2020 uze ubahire.
Abandandaza banyuruza isukari canke bayiduza igiciro bazofutwa ku rutonde rw’abarangurira muri Sosumo
Amamangazini
azofatwa anyegejwemwo isukari azoca yugarwa, abandandaza bayifatanywe bacibwe
amande manini, bongere bafutwe ku rutonde rw’abadandaza b’isukari bishikira
muri Sosumo hanyuma isukari ifashwe ice igurishwa camunara. bishikirizwa
n’umushikiranganji w’ubudandaji amahinguriro n’ingenzi Jean Marie Niyokindi
inyuma y’aho hongeye kwibonekereza iduga rikabije ry’ibiciro vy’isukari. Mu gisagara ca
Bujumbura co kimwe no hagati mu gihugu, isukari urayirondera aho wari usanzwe
uyizi ukavayo ijisho umenga waritiye ingwe kubera ukuntu utaha ryahishiye. Mu
vy’ukuri isukari isigaye ari nk’umuzi w’ibuye. Minani Samuel, umusore
yiyemerera ko yahora akunda gukoresha cane isukari bivanye n’uko ateka icayi mu
gakaritiye kamwe kari aho mu gisagara ca Bujumbura avuga ko isukari yamuyobeye
ifata. Agira ati: « Je mpora n’umva ku maradiyo no mu
binyamakuru birirwa barasemerera ngo isukari iriho, ariko ugahiga aho iri
ukahabura. N’iyo uyironse isukari ikiro cahora kigurwa amafaranga 2400, ubu
ukigura hagati 2600 na 3000 ». Kuri ico kibazo
c’iduga ry’ibiciro mu bushikiranganji bw’ubudandaji ho bavuga ko bidasiguritse
kwumva ko ku masoko ata sukari ya sosumo ihari mu gihe urugero rw’isukari
sosumo yahora itanga rutigeze ruhinduka. Urwo na rwo rukaba ruri hagati
y’amatoni 2500 na 2700 ku kwezi. Ubwo bushikiranganji bukamenyesha ko bufatiye
ku matohoza bukora bwasanze abadandaza bamwe bamwe bayikura muri Sosumo
bahitamwo kuyinyegeza mu mamangazini yabo gutyo bakayima abadandaza batobato
canke abayikeneye. Ahanini rero ngo basanze imvo yo kuyinyegeza ari ukugira
bunguke umurengera. None
hariko harakorwa iki ku kibazo c’isukari? Mu bushikiranganji
bw’ubudandaji amahinguriro n’ingenzi bavuga ko bari mw’isekeza ridasanzwe ryo
kurondera amamangazini anyegejwemwo isukari. Muri ico gikorwa, bamenyesha ko
abadandaza 5 bo mu gisagara ca Bujumbura, 4 bo muri komine Mukaza n’1 wo muri
komine Muha, bafashwe barugarirwa kandi baca bakurwa ku rutonde rw’abadandaza
bishikira kurangura muri Sosumo. Kubera rero ko iyo nyifato y’abadandaza b’isukari ya Sosumo itabereye, ubushikiranganji burasaba abanyagihugu bose na canecane abakoresha iyo sukari ko bofasha mu kudomako urutoke umudandaza wese ayinyegeza kandi ayizimbako. Muri iyo ntumbero nyene ba buramatari na ba musitanteri basabwa ko bokurikirana abadandaza bo mu ntara n’ikomine zabo bishikira muri sosumo ko bashikana iyo sukari vy’ukuri kandi ko bayitanga ku giciro cemewe n’amategeko.
Ivyamwa vyoba vyagenewe abatunzi?
Naho ivyamwa biboneka nka hose mu gihugu, kubifungura biragoye. Akenshi abahinga mu bijanye no gufungura hamwe n’abaganga barahimiriza abantu gufungura ivyamwa, ariko akenshi usanga bifungurwa n’abifise.
Fungure
n’imiburiburi ivyamwa bitanu ku munsi!
Iryo jambo turamaze kurisoma ahantu ryanditse canke turanamaze
kuryumva rivugwa. Naho usanga ivyamwa vyanzwe mu masoko yo mu
gisagara ca Bujumbura ari vyinshi, ikiguzi cavyo kirerekana neza ko
bidahangarwa n’uwo ari we wese.
Amatunda,
‘ipasiteke’, inazi, imihwi, amabungo, amavoka, ni vyo vyiganje
cane mw’isoko kwa Siyoni. Abaza gusuma ivyo vyamwa usanga ari bake
cane. Abadandaza b’ivyo vyamwa basa n’abamaze kubimenyera. Nkuko
vyemezwa n’umwe mu badandaza  ipasiteke. Agira ati: «
Abaguzi, haza imparurwa».  Uyo mudadanza avuga ko badandaza ipasiteke zikomoka mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya. Izo na zo zikaba zigurwa amafaranga y’amarundi ari hagati y’ibihumbi 7000 n’ibihumbi 10.000. Ico kiguzi mu vyukuri nta muguzi w’amikoro make yogihangara. Uyo mudandaza agira ati:«Abarimyi barima ipasiteke aha mu gihugu nta bwo bazironka buri gihe, ni yo mpamvu duhitamwo kuzironderera ahandi». Ipasiteke zirimwa ino, dushobora kuzigurisha amafaranga y’amarundi ari hagati y’ibihumbi bitatu n’ibihumbi bine.
Bigurwa
n’abifise
Izo
mparurwa z’abantu baza kutugurira ivyamwa, usanga abadandaza
baramaze kumenyana. Abo na bo babigura akenshi ni abafise inzu
z’uburiro, amahoteri(inzu z’ingenzi), abanyamahanga, abarondera
ivyamwa vyo guha abarwayi canke abana babo. Hirya yaho, muri iyo soko
nyene, hari umugore umwe yemeza ko ivyo bavuga ari vyo. Uyo mugore
avuga ko ivyamwa abigura abijana mu buriro bwiwe buri hagati mu
gisagara ca Bujumbura. Akaba abikoramwo umutobe, uruvange rw’ivyamwa
n’ ivyamwa abaguzi barenza kw’imfungurwa iyo babishatse kuko biba
bihari. Ntakangwa n’igiciro c’ivyamwa, agira ati:« ukwo
bigenda kwose ivyamwa bitegerezwa kudahara mu nzu y’uburiro bwanje
kuko birunguka». Hariumugore
akomoka mu gihugu ca Congo ari mu kiruhuko c’akazi, yariko aragura
ivyamwa ajana mu hira, we avuga ko i Burundi ivyamwa vyaho bizimbutse
gusumba iwabo muri Congo.  Kwerekana urutonde rw’ivyamwa n’ibiciro vyavyo mu bibanza bimwebimwe bisanzwe bidandarizwamwo aha mu gisagara ca Bujumbura biri mu bituma abahatumbera baba imparurwa.   Agatobe kavanze kandi koroshe usanga karonderwa n’abakeneye ibinyobwa bigereranye kandi bidakaze. Imvange y’ivyamwa bita «saugrenus» igurwa amafaranga y’amarundi ari hagati y’6.000 n’10.000, si uwo ari we wese ayihangara.
Ivyamwa
bibayabaye
Abadandaza
batembereza ivyamwa mu mabarabara batuma n’abatifise bashobora
gufungura icamwa. Baguma bazunguruka mu makaratiye bakanashika no
hagati mu gisagara ca Bujumbura bagenda bagurisha uduhiba tw’inanasi
bahimbaguye n’imihwi bashobora gutanga umwumwe. Ikiguzi gishobora
kuva kw’100 gushika ku 200 y’amafaranga y’amarundi, mu gihe
ababicururiza mu mazu usanga batavyorosha kuko ivyamwa babigurisha ku
kiro, atari ukwo, nturonka namba. Aho rero usanga ikiro c’imihwi
mitomito utegerezwa kuriha amafaranga y’amarundi angana n’1500,
hama ikiro c’imihwi myizamyiza ukariha 3000.
Mu Burundi hagiye gushirwaho urubuga rudonda amakuru y’ivy’ubudandaji
Mu ntumbero yo kworohereza abadandaza b’abarundi kuronka amakuru ajanye n’ubudandaji ku gihe, reta y’Uburundi ifadikanije n’ikigo mpuzamakungu kiraba ivy’ubudandaji ITC na CNUCED, igiye gushiraho urubuga ngurukanabumenyi aho umudandaza wese yipfuza inkuru ijanye n’ivyo akoreramwo azohora ayisanga. Nk’uko Adolphe
Manirakiza ajejwe ivy’imipaka mu Burundi abimenyesha, ishirwaho ry’urwo rubuga riri
mu mugambi MARKUP (Market Access Upgrade Programme) rigiye kuzotuma umuntu wese
amenya uko urudandaza rw’i Burundi rukorwa, amategeko agenga abakora urudandaza
rutoruto mu karere ka Afirika y’ubuseruko, n’ibindi. Uwo muhora uzoba
uvyerekana neza: uri uwukeneye inkuru ijanye n’amavoka, ntuzoyisanga mw’ikawa.
Bizoba bitunganijwe neza hisunzwe ubwoko bw’ikidandazwa kimwekimwe. Ivyo rero
bikazotuma umudandaza uwo ari we wese agirira icizere ibikorwa vyiwe
kurushirizaho kuko azoba abona inkuru zose zijanye n’ibidandazwa vyiwe. Victoria Tuomisto
yaserukira ikigo ITC (International Trade Center) amenyesha ko ishirwaho
ry’urwo rubuga rije rihamvya ibihugu bibanyi nka Kenya, Rwanda, Uganda na
Tanzaniya aho, bishigikiwe n’ikigo ITC na CNUCED (Conférence des Natons Unies
sur le Commerce et le Développement), vyatunganije urwo rubuga kandi bigirira
akunguko gakomeye ibihugu mu karere n’abadandaza barimwo. Kubera ivyo,
igihugu c’Uburundi cinjiye neza mu muryango uraba ivy’ubudandaji kw’isi OMC (Organisation
Mondiale du Commerce) kuko ari kimwe muri vyinshi bikomeye bisabwa kugira ngo
igihugu kibe ikinyamuryango nk’uko biri mu masezerano yawo mu ngingo ya 12 ivuga
ivy’ugushira ku rubuga inkuru z’igisata c’ubudandaji. Inkuru
yishimiwe n’abadandaza … Bamwe mu badandaza
twayaze banezerejwe cane n’urwo rubuga rwabo rugiye gushirwaho. Pontien
Hategekimana umudandaza asanzwe arankura impuzu mu gihugu ca Uganda amenyesha
ko vyahora bishika akajabuka ata nkuru n’imwe ku bijanye n’amabeyi y’ibintu
afise, yagera yo agasanga ibintu birazimvye. Ubu akavuga ko azoca aza araja ku
rubuga ahaguruke azi neza amakuru y’ivyo agiyemwo. Béatrice Manirakiza aba mu ntara ya Rumonge
agira ati: «Nizigiye ko kuri urwo rubuga
nzosanga ko n’amategego agenga indimu n’imicungwa bitume tuzohora twihagararako
hagize uwutwitsitazako.  Hari n’aho
duhora tubishora tugasanga muri Tanzaniya na bo baravyejeje tukaruhira ubusa….».
Mwomenya ko inyigisho ku bakozi b’ikigo OBR bazohora bashira kuri urwo rubuga inkuru zijanye n’igisata c’ubudandaji muri uwo mugambi zatanguye kuva uwu wa 17 Ruhuhuma zikazorangira ku wa 20 z’uku nyene, kuri Martha Hotel, i Bujumbura.
Muri Sosumo bati: « Uwuzofatwa adandaza ikiro c’isukari amafaranga arenze 2 340 Fbu azohanwa »
Kuri uyu wa 3 Ruhuhuma 2020, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe rihingura isukari (Sosumo), Aloys Ndayikengurukiye yararemesheje ikiganiro ku bamenyeshamakuru aho yatangaza ko ata kibazo c’isukari gihari mu bubiko bwayo. Akaba yaciye aboneraho kugabisha abadandaza boba bayinyuruza. Abakurambere bati:
«Amazi arakena yuzuye impange». Ubu na ho umuntu arashobora kuvuga ati: «Isukari
irakena kandi ububiko bwa Sosumo bwirirwa burasohora amatoni n’amatoni buri
kwezi». Si agaseseshwa rumuri haraheze iminsi hibonekeza mu gisagara ca
Bujumbura ikena ry’isukari mu makaritiye atari make yahora idandarizwamwo. Aho
ibonetse na ho ugasanga ibiciro vyariyongereye ku rugero ruteye ubwoba. Minani
ni umwe mu ba dandaza b’utubutike. Isukari ubu
asigaye ayita umuzi w’ibuye. Agira ati: «
Haraheze iminsi amahera y’isukari narayahevye. Jewe ntarironkera umutahe ukwiye
nta yo noba nkigonda. Agafuko k’ibiro 50 ugize imana ukaronka aho ukarangura
ugatora ku 125 000 Fbu. Ni hamwe uc’usanga kugira ukuremwo ayawe
ugurishije ku kiro 2 800 Fbu. Ayo na yo ni abakiriya bake woronka bayigura.
Naciye ndayiheba ». Ngo
isukari yoba inyuruzwa Aloys Ndayikengurukiye,
umuyobozi mukuru muri Sosumo arababazwa cane n’ingene abantu bidodomba ngo nta sukari
ikiboneka kandi bafatiye ku kuntu yagiye irasohoka kuva mu kwezi kwa mbere kw’umwaka
uheze 2019 basanga isukari basohoye yagiye iriyongera ku kwezi ku kwezi. Atanga
akarorero ko mu kwezi kwa mbere kw’umwaka uheze basohoye ibiro 1 358 200 ariko
muri uwu mwaka wa 2020, mu kwezi kwa mbere basohoye ibiro 1 415 000.  Uwo muyobozi
mukuru akaba yaboneyeho kugabisha abadandaza bafise inyifato itabereye yo
kunyuruza isukari bashaka guca amaboko abanyagihugu kugira babungukeko
umurengera, ko abazofatwa bazohanwa hisunzwe amategeko. Ku baduza ibiciro
na bo, amenyesha abantu bose ko ibiciro vy’isukari vyashinzwe n’ishirahamwe Sosumo
bitahindutse. Ivyo na vyo bikaba bimeze uku gukurikira: umufuko w’ibiro 50
ugurishwa 111 500 Fbu ku wuwuguze mu bubiko bwa sosumo. Uwo na we aca
awugurisha ku 114 000Fbu ku baja kuyidandaza ku kiro. Abo na bo bo ku kiro
badandaza uwo mufuko ku 117 000Fbu. Ni ukuvuga ko ikiro kimwe gitegerezwa
kugurishwa 2 340Fbu.  N’ingingo
zishingiye kw’itangwa ry’isukari zahavuye zifatwa  Mu ntumbero yo
gutanga neza isukari mu gisagara ca Bujumbura, mw’ishirahamwe Sosumo babaye
barafata ingingo zitandukanye: bagiye kwongereza ku rutonde rw’abatora isukari
mu bubiko bwa Sosumo ama alimentations makuru makuru ari mu ma karitiye kuko
ngo basanze muri rusangi ayo ma alimentations ari yo ayigurisha neza, nayo abadandaza
batwara isukari irenze amatoni ane bazohora bayitora mu biringo bibiri (kabiri
mu kwezi) kuko ngo iyo bayitwariye rimwe baca bayinyegeza (ariko iyo ngingo ngo
ntiraba abayitwara mu ntara za Bujumbura,Bubanza,Cibitoke,Bururi na Rumonge). Na yo abajejwe
intwaro n’umutekano basabwe gucungera ko isukari iriko iratangwa hisunzwe amategeko.
Bohana cane kandi uwo wese yofatwa yayinyegeje canke yadugije ibiciro.
Bagafasha guhagarika isukari iva mu gisagara yimurirwa kunyegezwa mu bubiko bwo
mu ntara zo hagati mu gihugu. Bakongera bagakomeza igikorwa co kugwanya inzoga
zitemewe n’amategeko kuko zikorwa hakoreshejwe isukari nyinshi. Mw’ishirahamwe Sosumo rero bakaba bemerera icese abarundi bose, ko rifise isukari ikwiye izobashikana kw’isekeza ryo kwimbura iyindi ryimirije. Ariko bagasaba ko iyo ihari yotangwa hakurikijwe amategeko n’ibiciro vyashinzwe na Sosumo.
Icapati: ivyo mukwiye kumenya kuri iyo mfungurwa
Abantu benshi babona icapati mu mazu y’uburiro abandi bakazibona mu tudobo bariko barazitembereza bakazigura bazifungura ariko batazi uko zitegurwa ndetse n’ivyo bavangamwo kugira zigire akanovera gatuma abantu benshi abato n’abakuze bazihurumbira. Nimuvyisomere. Uramaze gufungura icapati? Nimba utaragifungura ngo wumve ingene
kiryoshe ndibaza uramaze kwumva abacumvirije bacivuga ko ata yindi mfungurwa
borya mu gatondo. Cédric Barutwanayo aba mu Bwiza. Icapati ngo yakigize
umugenzi ubu. Agira ati: « Abantu
benshi bazi icapati ku duharage. Ariko mu vy’ukuri icapati kw’isose y’inyama
ndagutumiye uze wumvirize nawe. Ni wararaye. N’intoke wocirako ndakurahiye.
Jewe amafaranga ari mu kumperako ». Nayo Birori mu kuyica umurya avuga
ko icapati ari nk’itabi ry’igikamba. Iyo wamenyereye aho kiryoshe uhakurwa
n’amadeni amahera yaguhezeko. Kukaba nkako, ushitse mu nzu z’uburiro harimwo icapati wumva
abavyihereza baguma bagira bati: « Jewe icapati ku duharage. Nanje icapati ku
mata ». Eka hari n’abo wumva babisabirako icayi. Erega no ku mabarabara urwaruka
rwicira amaranga rurabitembereza mu tudobo kandi ruvuga ko ruca ayatari make.
Ndoricimpa Martin avuga ko iyo vyagenze neza akavyuka yumva afise ingoga zo
gukata amakaritiye neza, ashobora kudandaza icapati ijana, gutyo 40.000Fbu
akazizingira ku w’inyuma kuko imwe ayitanga ku 400Fbu. Ngezahayo Porotazi umusore adandariza mu nzu y’uburiro iri mu Kamenge ku
rya 5 na we aremeza ko icapati gikwega abakiriya. Akishimira amahera abikuramwo
kuko ashobora kudandaza icapati ziri hagati ya 100 na 200. Akaba akora
izitandukanye, iza 200 n’iza 300Fbu. Akavuga ko ashobora kudandaza mu capati
gusa amafaranga ari hagati ya 3.000 na 60. 000Fbu ku munsi.  Menya rero ingene icapati gitegurwa Ngezahayo uwo benshi bahamagara « Ngeza » avuga ko ico
kumenya kubijanye n’itegurwa ry’icapati ar’uko gigorwa mw’ifu y’ifarini iva mu
giterwa c’ingano. Uti none bigenda gute? Uyo musore aratugira ku muriri: « Ufata ifarini ukavanga n’amazi ashuhe.
Uragerageza ukagereranya amazi bivanye n’ibiro vy’ifu ushaka gukoramwo ico
capati. Nko mu biro 10 vy’ifarini ncanshiramwo ijage zibiri z’amazi ashushe
hama nkavanga n’amata iritiro zibiri, ibitunguru, n’amagi. Mpejeje gukandura
ndaheza nkashira ku meza kugira nshobore kuyiha incapuro yayo nkoresheje akantu
twita umushoferi gakozwe mu giti. Ndangije ncashira mw’ipanu nkayikaranga. Iyo
bakayita Crêpe simple ». Na we Olivier Manirambona asanzwe yararonse inyigisho ku bijanye no
guteka, amenyesha ko icapati ziri mu migwi ibiri. Ubwa mbere akaba ari crêpe
simple, na yo iya kabiri ikitwa crêpe dessert. Iyi rero mu gutegurwa bakaba bayikora
nka kurya bakoroga umusururu. Agira ati:«
Ufata ifarini ukayivanga n’amata ugashiramwo amagi, ibitunguru, sucre vannille,
isukari ndetse ubishoboye uranakatiramwo udushishwa tw’indimu dutoduto ».  Icapati kiri n’akamaro mu mubiri w’abacihereza Athanase Ntiyanogeye Umuhinga mu vyo gufungura neza avuga ko icapati
gifise akamaro mu mubiri w’umuntu kuko gihingurwa mu ruvange rw’intunga mubiri.
Nk’akarorero ingano ziri mu mugwi w’imfungurwa ntanganguvu. Agira ati: « Icapati ni ikiribwa kiryoshe kuko mu
kugitegura bavangamwo utuntu turyoshe twinshi nk’amata, amagi, isukari,
n’ibindi… »   Uyo muhinga mu bijanye n’imfunguro avuga ko iyo mfungugwa yahoze ari iy’abaswahili ariko ubu ihurumbirwa na benshi ari vyiza kuyisomeza icayi, ibiharage, umusururu naho nayo nyene ubwayo isanzwe imirika.  Inkuru yatororokanijwe na Gisèle Uwimana, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.
Kuba amakonteri y’umuyagankuba atakibarizwa muri Regideso gusa hari akarusho kanini
Kuva muri ruheshi umwaka wa 2019, amazu ane ariyo TIPC, KLK, UBUCOM na BESCO ni yo yashoboye kugiriranira amasezerano na Regideso kugira aze aragurisha amakonteri kuri buri muntu wese yipfuza amatara n’amazi ku muhana iwe.  Ku mvo z’ibikorwa
vyinshi vyarangurwa n’ishirahamwe ritanga amatara n’amazi Regideso, vyarashika
ko iyo umunywanyi asavye kuronka amatara amara iminsi atarashobora kuronka
ibikoresho bimufasha kuronswa ivyo yasavye. Gutyo bigiriye inama yo gukorana
n’abadandaji bashobora kurangura ivyo bikoresho Regideso igasigara ija
gutunganiriza umunywanyi mu kumushirira ku nzu ikonteri. Ntawodeha
ko hari akarusho Ntahondi
Aloys ni umunyagihugu yaguriye konteri yiwe mu minsi iheze mu nzu y’ubudandarizo
izwi kw’izina rya TPIC, agira ati: «Jewe
ntaraja kugura ikonteri barambwira ko ari ibintu bigoye cane. Ko ntaronse muntu
asanzwe akorera muri ico gisata abimfashamwo, birateba cane ku buryo vyashobora
kumara amezi atandatu mbere anarenga ntararonswa konteri. Ariko ivyo bambwira nasanze
atari vyo kuko naragiye kuri Tpic ndariha amafaranga ya konteri n’ibindi
bikoresho bijana kugira amatara anshikire muhira. Inyuma y’ukwezi kumwe gusa
naraciye ku biro vya regideso nsanga baramanitse intonde z’abasavye amatara
nanje bandabiye nasanze ndimwo gutyo inyuma y’imisi mikeya cane ndindiriye
nagiye numva abo mu biro vya regideso bampamagaye bambwira ko baje kunshirira
amatara mu nyubakwa yanje ». Na Marise
Nzobonimpa ajejwe ivy’ugutumatumanako amakuru muri regideso ntahakana iryo teba
ryibikoresho. Agira ati: « bivanye n’ibitigiri vy’abarondera
amakonteri wasanga atari bike vyiyongera ku bikorwa bitandukanye dusanzwe
turangura, vyarashika ko umunywanyi amara iminsi itari mike atararonswa konteri
bigatuma imyidogo yumwe n’uwundi yumvikana. Nubwo akabeyi kiyongereye gato ku mvo
zuko ayo mazu aba yaranguye akenera akunguko, ubu birihuta cane mbere n’abanyagihugu
barabishima cane ». Ariko
n’utunenge ntitubuze N’ubu hari abamara
amezi atari make barasavye amakonteri ariko gushika ubu batarazironswa. Aho
twovuga nk’abo muri koperative Terimbere iri muri Mpanda bamaze iminsi itari
mike bararihiye konteri yabo mbere baranatwara fagitire muri Regideso ariko
gushika ubu bakaba batarashobora kuyironka. Amazu ajejewe ubwo budandaji bo
bavuga ko ivyo batabikurikirana kuko bo ububasha bwabo bugarukira ku
kurungikira Regideso icemeza ko umunywanyi yarishe gutyo regideso ikabandanya
imutunganiriza kuko ari na yo ifise ikongera igakurikirana ububiko bw’izo
konteri gushika ironkejwe uwayisavye. Mu gihe kuwa 19 Munyonyo ariho umuyobozi mukuru wa Regideso yasohora itangazo ahamagarira abanywanyi bayo barishe devis za konteri zabo mu mwaka wa 2017 na 2018 ko boza kwimenyekanisha ku biro aho barihiye kugira babatunganirize, Marise Nzobonimpa yasiguye ko abanywanyi bari basanzwe barabimenyeshejwe ko iryo teba ryatumwe n’iryo hindagurika gutyo haca habanza kuronka abari baguze babicishije kuri y’amazu asanzwe acuruza ibikoresho vya Regideso.
Abakenyezi bakora urudandaza njabukambibe ntibagikoreye mu gifuri…
Kw’igenekerezo rya 10 Kigarama, mu Gatumba, umushikiranganji w’ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi, Jean Marie Niyokindi yatanguje icese umugambi «Menyesha ntere imbere» ugizwe n’abakenyezi bahora bakora urudandaza njabukambibe rudahuye n’amategeko. Uwo mugambi ukaba ufashwe mu mugongo n’ingoma y’Ububirigi ibicishije muri TradeMark East Africa ukazofasha abakenyezi bagera ku 4.000. Itanguzwa ry’uwo mugambi uzorangurwa mu kiringo c’imyaka ibiri n’amashirahamwe Afrabu (Association des femmes rapatriées du Burundi)  na Partner Africa, ryari ryitabwe n’umuyobozi wa TradeMark mu Burundi, Christian Nibasumba, uwuserukira ingoma y’Ububirigi mu Burundi, bamwe mu bakenyezi bakora urwo rudandaza n’abandi. Uwo
mugambi ugamije guhindura ubuzima bw’abakenyezi bakora urudandaza
rutoruto njabukambibe, uje nk’ inyishu z’ibibazo abakenyezi
bahora bakunda kugira. Daphrose
Nduwimana, umwe mu bakora urwo rudandaza agira ati :«
Ingorane tugira ni nyinshi ariko nkuru muri zo kugenda turamburwa
inzira yose ugasanga turiko turasha ata co twokora, Gusabwa
amafaranga n’abantu utazi wayabima bakakwaka nk’utuvoka wikoreye
bakaduta muri rusizi ugasubira inyuma wifumbereje, kugenda
tubundabunda umutima ukama uri mu mutwe». Umugambi «Menyesha ntere imbere» uzorangurirwa mu ntara zine, ku mbibe zitatu z’uBurundi: Gatumba muri komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura, Ruhwa muri komine Rugombo mu ntara ya Cibitoke, Mugina muri komine Mabanda mu ntara ya Makamba hamwe no ku kivuko ca Rumonge, muri komine ya Rumonge mu ntara ya Rumonge nyene. Uwo
mugambi ugana gushika kuki ? Godelive Manirakiza aserukira ishirahamwe Afrabu, ari na bo benshi bakora urwo rudandaza agira ati: « Ku mbibe za Mugina no ku kivuko ca Rumonge hazoshirwa ho ibiro abakenyezi bashobora kwitura kugira baronke amakuru ajanye n’urudandaza. Hamwe n’ivyo, hazobaho ugukomeza ibiro bisanzwe ku mbibe za Gatumba na Ruhwa; Kunagura ubumenyi bw’abakenyezi bakora urwo rudandaza njabukambibe, gufasha kugira ngo abantu bamenye amakuru ajanye n’amasoko akorera ku mbibe, gushiraho umuhora  ngurukanabumenyi werekeye abakenyezi bakora urwo rudandaza n’ibindi».
Bimwe mu vyitezwe Godelive amenyesha ko hari icizere ko abakenyezi bazohora baronka amakuru mu gihe kibereye, kugira batunganye neza urudandaza rwabo ku buryo gusubiza ingurane bafashe bitabarusha, mbere baje no guhiganwa mu masoko yandi. Ntiyibagiye kumenyesha ko bazogira ico bakoze kugira imiryango yabo ibeho neza eka banarihire abana amashure mbere n’agaciro k’umukenyezi mu gihugu biteze ko kazoduga kuko bazoba bafise ico binjiza mu rugo. Christian
Nibasumba akaba yashimiye ingoma y’Ububirigi ije gufata mu mugongo
abo  bakenyezi biciye muri TradeMark East Africa ku gira ngo
urudandazwa rwahora rukorwa rudaciye mu mategeko ruhave nk’uko ari
na ryo hangiro rya  TradeMak. Ashimira ingoma y’Ububirigi na we nyene, Umushikiranganji Jean Marie Niyokindi yamenyesheje ko Reta y’Uburundi iriko irayaga n’iya Congo kugira ngo bashireho isoko ihuza ivyo bihugu 2. Agatera intege abo bakenyezi mw’ishaka bafise ariko kandi akabahamagarira kuja mu makoperative kugira ngo bashigikirane.
«Oya ubu si autorisation de transport, ni permis de transport hamwe na carnet de bord sécurisé»
Kuva kuri uwu wa 9 kigarama, abashoferi bunguruza abantu n’ibintu bagiye kuza barakoresha agatabu ndangamuduga bita «Carnet de bord securisé» hamwe na «Permis de transport intérieur na international». Izo mpapuro ngo zizoha uburenganzira kugendesha imiduga haba mu gihugu hagati, canke hanze. Nk’uko vyashikirijwe n’umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu Consolateur Nitunga, izo «permis de transport» zije mu gihe hari benshi bahora bipfuza kujabuka imbibe bikabagumira. Akavuga kandi ko hari n’abakoresha amamodoka yo mu bwoko bwa hiace bahora bipfuza gushika mu ntara zo hagati mu gihugu bikagorana. Mu ntumbero yo gutorera inyishu ivyo bibazo vyose, vyemejwe n’Inama Nshikiranganji, ubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu bwaciye butunganya gushasha ivy’izo mpusha. Consolateur rero akamenyesha  ko izo permis nshasha zikoranye ubuhinga bukomeye « ku buryo bitokworoha kuzigana ». Hejuru y’ivyo, ngo ntivyahora vyoroha kumenya igitigiri c’imodoka ziriko zirakora, ubwoko bwazo mu gihugu co kimwe n’amapikipiki ariko kubw’ubwo buhinga bushasha bizoshoboka.    Ibiciro vy’utwo dutabu ndangamuduga n’ivy’izo «permis» Hari agatabu ndangamuduga gato na kanini. Gato kagizwe n’impapuro 30 kagurwa amafaranga 38.000 Fbu, kanini na ko, k’impapuro 62, kakagurwa amafaranga 47.500 Fbu.   Urupapuro rwahora rwitwa «Autorisation de transport » ubu ari rwo «Permis de tansport », rwarihwa amafaranga 2000 kuva mu 1999. Ubu si ko biri. Ibiciro vy’iyo permis birahindagurika bivanye n’ubwoko bw’ingendeshwa  hamwe n’aho umuntu ashaka kuza aragarukira( Mu gihugu canke hanze). Vyakiriwe gute
n’abunguruza abantu n’ibintu? Eric Manirakiza akoresha imodoka yo mu bwoko bwa  Hiace, yanezerewe cane kuko yumvise ataho yimiriwe gushika. Naho biri uko Déo Baransananiye we, asanzwe akoresha imodoka yo mu bwoko bwa « camionette », avuga ko n’ubundi yarasanzwe azunguruka mu Burundi akoresheje autorisation de transport y’amafaranga 2000Fbu, yashika ku rubibe rw’igihugu kibanyi na ho agakoresha ikarata ya CEPGL agatanga 3000 gusa hanyuma akabandanya ata camira. Kubw’iwe akabona ko ata co bizomwungura.   Umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu Consolateur Nitunga, arahumuriza abari bafise impusha zitarata igihe ko bazoguma bazikoresha gushika zihere ariko abo zaheranye ngo baca batangura gukoresha izo zindi nshasha.
« Mu Burundi, kugwanya ubukene birashoboka iyo abantu bishize hamwe »
Kw’igenekerezo
rya 17 Gitugutu uko umwaka utashe, harahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe
ukugwanya ubukene mu bantu batishoboye. Uwo munsi ukaba washitse mu gihe
hitegurirwa guhimbazwa ku wa 20 Munyonyo imyaka 30 izoba iheze habayeho
amasezerano mpuzamakungu yubahiriza agateka k’umwana.  Ishirahamwe « Haguruka bakenyezi ba Kajaga II » bakoranye n’ishirahamwe ryishinze kugwanya ubukene mu bantu ba ntahonikora « ATD Quart Monde » yifadikanije n’abana kuri uwu wa 20 gitugutu mu guhimbaza uwo munsi.  Nkuko bishikirizwa
na Consolate Nsabiyumva arongoye ishirahamwe « Haguruka bakenyezi ba Kajaga II
», ngo gufungura, kujanwa kw’ishure, kuvuzwa, kwambara, kugirirwa igishika
n’abavyeyi, kuryama ahantu heza, kuba mu muryango yishimira … biri mu vyo
umwana akenera mu gateka kiwe.  Rero ngo iyo
imiryango ikenye, itagira amikoro akwiye, n’abana ntibaheza bitwararikwe neza.
Ngo ni hamwe haca hatangura kwibonekeza abana bo mw’ibarabara, abagwara
bakabura ingene bivuza, abatagira gihanura, abatiga canke batambara agahuzu
keza, …  Kugwanya ubukene bisaba gukora ugatama Consolate avuga ko kugwanya ubukene atari ikintu kiba mu munsi umwe, ahubwo bisaba inyigisho n’ihimiriza rikomeye cane. Agira ati: « Iyo umuntu yiyizi ko yoba ari umukene ruhebwa, arikumira we nyene ubwiwe, akumva umenga nta jambo afise mu bandi. Eka mbere n’abandi baramunena iyo babona asa nabi n’abana bamukomokako bagaca bakura bameze nk’ibicibwa mu bandi gutyo bagahonyangirwa agateka ko kwishira n’ukwizana mu runganwe. Ku bw’ivyo turagerageza kurondera abakene bo hasi cane iyo bari. Hamyuma turatangura kubigisha kuja mu dushirahamwe two kuziganya no kuguranana bakanduruka bigiraho ibikorwa vyo kwiteza imbere no kwitwararika abana bavyaye ».   Ibikorwa vyo
kugwanya ubukene rero ngo ntibiraba abakuze gusa. Déogratias Kankela aserukira «
ATD Quart Monde » mu gihugu kibanyi ca Kongo, avuga ko n’abana bibaraba. Ni co
gituma ngo mu vyo bakora bigisha abana kuva bakiri bato kugiriranirana urukundo
hagati yabo kugira bakurane umutima wo gufashanya haba kw’ishuri canke mu
kibano, kwirinda gusuzugurana no gukumirana, gukunda ibikorwa, kwirinda agatima
ko gusabiririza n’ibindi.  Ivyo rero bikaba bikengurukwa na Tony Prince Ishimwe umwe mu bana bigishwa n’iryo shirahamwe. Akavuga ko indero bahabwa yahinduye benshi mbere muri bo basigaye banakundana, uwugize ico akenera kuri mugenziwe akimufasha ata kangonongono. « ATD Quart Monde »
rikaba rihuje imigambi n’ishirahamwe « Haguruka ba kenyezi ba Kajaga II ». Iyo
nayo akaba ari kugwanya ubukene, gukundisha abana ishure, guteza imbere
ubutunzi mu bantu, kwubahiriza agateka ka zina muntu hamwe no gukingira
ibidukikije, …   « ATD Quart Monde » ni iki ? Déogratias Kankela ati : « ATD Quart Monde ni ishirahamwe mpuzamakungu rihurikiyemwo abantu bose abagore n’abagabo. Rifise ihangiro ryo gukorana n’abasanzwe bari mu bukene bukabije kugira bigire hamwe uburyo bwo kubugwanya. Muri ryo, umuntu wese ahamagarirwa kugira umwiyemezo wo guhindura ivyiyumviro vyiwe n’ivy’ikibano abamwo. Rero, ryatanguriye mu buraruko bw’Ubufaransa mu 1957 rishinzwe na Joseph Wresinki ». Anamenyesha kandi ko ubu rigeze mu bihugu 30 vya Afirika, mu buraruko no mu bumanuko bwa Amerika, Aziya, i Buraya no muri « Océan Indien ».
Uburyo bwo kwiyunguruza buracari ikibazo mu gisagara ca Bujumbura?
Mu gihe haheze ukwezi n’igice mu gisagara ca Bujumbura amashirahamwe Seviteb na Memento azanye imiduga minini itwarira icarimwe abantu benshi, bamwe mu biyunguruza n’ama bisi bavuga ko ata kinini cahindutse kuko ngo bagitonda imirongo nk’uko vyari biri ubwambere, yahaguruka naho ikagenda irahagarara mu nzira. Ku mugoroba, usanga ku gituro c’amabisi kiri mu gisagara ca Bujumbura imirongo y’abantu igereza kure. Ubaye nk’uwuhicisha usanga abari ku mirongo bariko  barasunikana kugira barabe ko bokwegera imbere gutyo bashikire umuduga batahe narirya buba buriko burira. Imyidogo ntibura muri bamwe n’abandi. Ugize ngo  urabaza impamvu imirongo ari miremire kandi haraje imiduga minini minini ishobora gutwarira benshi icarimwe, umenga urabacuririye. Wizeyimana Consolatte atonze ku murongo w’izija mu Mirango, agira ati: « Jewe hakiza iyo miduga  nibaza ko ikibazo co gutonda imirongo giheze. Yamara  nta kintu kinini cahindutse. Ugira gutonda umurongo uyirindiriye, n’ukwuzura ntiyuzure vuba. Hoho na nya miduga nyene ni mpaka ngo uyihasange?  Mpfuma nza kuba ndahagaze hamwe n’abandi ku mirongo y’amabisi  yuzura vuba kandi aboneka».  Nahayo Sylvestre wo mu Kanyosha, yiyicariye muri wa muduga mushasha wa Seviteb. Agira ati: « Iyi miduga uyicayemwo ni myiza, ariko sha uja gushika iyo uja wishuye ndakurahiye…Burya wihuta, hako uyurira wopfuma ufata ibisi ». None biva kuki? Umwe mu bagendesha iyo miduga mishasha, avuga ko uguteba bivana n’ingene abiyunguruza babonetse. Agira ati: « Abiyunguruza ntubasanga mu bibanza bimwe. Niyo mpamvu duhagurutse tutujuje tugenda turahagarara kuko ntiwotwara imodoka igaragara nawe ntu kandi uba uriko uraca agafaranga. Ikindi na co, nta bituro vyinshi biri aha mu gisara aho abiyunguruza bashobora kuturindirira canke kwururukira. Rero aho dusanze uwiyunguruza wese tutujuje ntitwomusiga. Nta wokwirengagiza kandi ko mu gihe izo bisi ntonto zuzuza abantu ningoga izacu zimara umwanya zitaruzura kandi ko kugira turonke abo tugarukana bigorana». Akamenyesha kandi ko bagiye baratwara imodoka ituzuye bwoca kabiri bakaba barahomvye kuko ataho igitoro cova. Aho rero ntiyibagiye kuvuga ikibazo c’amabarabara yimburutse, atuma bagenda barakatakata, bikabatevya mu nzira. Ntirandekura Charles umunyamabanga mukuru akaba n’umuvugizi mw’ishirahamwe Atrabu nawe nyene asa n’uwuvuga ururimi rumwe n’uwo mushoferi. Agira ati: « Kuba bishika abiyunguruza bagateba canke bagatonda imirongo birumvikana kuko  abantu bavira ku buzi umwanya umwe bose bagahurira mu kibanza kimwe ariho ku gituro. Ikindi na co, mugisagara ca Bujumbura nta mabarabara akwiye dufise. N’ayo dufise ni mato mbere hari naho usanga yarononekaye cane arimwo ibinogo. Naho biri ukwo amenyesha ko  ico kibazo c’amabarabara  co kimwe n’ic’ibituro bagishikirije ubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu kugira bugire ico buterereye.   Charles akamenyesha ko  n’ubwo abiyunguruza bidoga hatabuze ivyahindutse kandi vyiza  kubw’uwo muzo w’imiduga mishasha yisununuye. Ivyo rero akabivuga afatiye ku mwanya umuntu ategereye ibisi asigaye amara ku gituro. Agira ati: « Ubu abiyunguruza barihitiramwo bisi bafata kandi naho boba batonda irya bisi nini ije ikayorera abantu 100 rimwe, harabaho akarusho».  Mu
bushikiranganji bujejwe gutwara abantu n’ibintu, kuri ico kibazo c’amabarabara
n’ibituro vy’imiduga bakaba bemeye kugira ico babivuzeko mu nyuma.
Abakenyezi b’abirimizi bo mu mitumba berekana ivyo bihingurira
Abakenyezi b’abirimizi bo mu mitumba bafashwa na CARE barerekanye ivyo bahingura mu vyimburwa abarundi birimira bigizwe n’ifu y’ubuyi bw’ibiharage, icayi c’isoya, ifu y’ubuyi bw’isoya, ibigori na sezame kuri uwu wa 01 myandagaro. Ivyo vyose bakabirangura biciye mu mugambi ‘Nawe Nuze’…
‘Nawe Nuze’ rero, ni umugambi wa CARE ufise ihangiro ryo guteza imbere umukenyezi mu kibano no mu butunzi. Uwo mugambi rero ukaba ujanye no kwigisha abakenyezi b’abirimizi ba ruguru kuja mu dushirahamwe dutoduto two kuziganya no kuguranana. Ivyo na vyo bikabafasha kuronka uduhera twabo bwite tubafasha kwiyungunganya.
Kubera ko umugambi ‘Nawe Nuze’ wari uje uronderera iterambere abakenyezi b’abirimizi, aba bahavuye bawuhurumbira cane, maze Care ica itanguza muri abo banywanyi ikoperative yo guhingura ivyimburwa abarundi birimira. Iyo koperative ikaba ihurikiyemwo abakenyezi 180 bava mu ntara zitandatu: Bujumbura, Gitega, Kayanza, Ngozi, Kirundo na Muyinga. Intumbero y’iyo koperative akaba ari guha agaciro ivyimburwa abarundi birimira no gutera intege abarimyi kugira barime vyinshi banizeye kuronka isoko, kwigisha abakenyezi kwitunganiriza imigambi y’iterambere, kwigisha gufungura imfungurwa zikwije, kwigisha abakenyezi kwiteza imbere mu kibano no mu vy’ubutunzi. Guhingura kujana no kugurisha. Nico giuma Care ifasha abo bakenyezi bahurikiye muri « Nawe Nuze » guhayanisha ibihingurwa vyabo kugira bimenyekane, kandi bironke abaguzi Isano riri hagati ya ‘Nawe Nuze’ n’ivyabakenyezi bakora Abakenyezi bo muri ‘Nawe Nuze’ bamaze kwerekana ko bahaye agaciro inyigisho zo kuziganya no kuguranana bibera mudushirahamwe twashizwe ku mitumba, ishirahamwe ‘Care’ ryaciye ryigisha bamwe mu banywanyi baryo guhingura ivyo birimira. Nkuko bimenyeshwa na Josée Ntabahungu arongoye umugambi Gewep (Gender Equality and Woman Empowerment) muri ‘Nawe Nuze’, avuga ko abo bakenyezi bigishijwe guhingura ifu y’ubuyi bw’ibiharage, icayi c’isoya, ifu y’ubuyi bw’isoya, ibigori na sezame, ivyo bihingurwa baca babidandaza, maze amahera bakuyemwo bakayaziganya, inyungu bakayigabura gutyo bagaheza bakikenura, bakanasahiriza muri vya nkenerwa vyo mu rugo, harimwo no gufasha abana mu kubaronsa ibikoresho vy’ishure. Hoba hariho isoko ry’ibihingurwa vyabo? Guhingura kujana no kugurisha. Ni muri iyo ntumbero Juvénal Afurika arongoye CARE mu Burundi yakiriye kuri uwu wa 01/08 mu gisagara ca Bujumbura mu kigo ‘Hub Innovation Nawe Nuze’ bamwe mu bakenyezi bahingura ivyimburwa mu ntumbero yo kubahuza n’abagwizatunga b’i Bujumbura, amashirahamwe atandukanye, hamwe n’abandi bikorera utwabo kugira berekane bongere bihigire isoko y’ivyo bihingurira iwabo. Erega ibihingurwa vy’abo bakenyezi vyahavuye bishimwa na benshi. Nsabimana Claude, ni umugwizatunga wo mu gisagara ca Bujumbura, amaze kwibonera ivyo bihingurwa yarabigomwe atako yemera ko agiye gukorana nabo bakenyezi, ko azorangura ivyo bihingurwa vyabo mu ntara uwo mugambi ukorerwamwo hose. Si ivyo gusa, yagiriyeko anemera ko n’ibanakehanirwa mu buryo, azoshiramwo imitahe kugira bahingure vyinshi gusumba. Ihorimbere Aristide arongoye ishirahamwe YAIN risanzwe rifasha urwaruka n’abakenyezi gutanguza imigambi yabo no gushira ibihingurwa vyabo kw’isoko. Uwu na we yemeye ko azobafasha gushira ibihingurwa vyabo kw’isoko bakadandaza neza mbere gusumba nuko bari banavyiteze. Akunguko…? Ifu bahingura muri ivyo vyimburwa, ngo ni ifu yikwije mu ntunga mubiri. Iyo rero ngo irahurumbirwa n’abantu benshi bayizi gutyo bakayigurisha bagakuramwo amahera, nkuko bivugwa na Césarie Uwamariya wo mw’ihinguriro COVAPAFE-Gashikanwa mu ntara ya Ngozi. Eka mbere ngo usivye amafaranga, ngo n’ibibondo vyabo biradoshe kuko ntibikirwaragurika kubera ko bironka ubuyi bukwije indema mubiri. Kubera ko iyo fu abo bakenyezi b’abirimizi bahingura ari nziza kandi iriko irakundwa, ngo birakwiye yuko uwo mugambi wagurwa ugashika no mu zindi ntara zose z’igihugu, kugira abenegihugu bose bashobore kuronka vyoroshe ivyo bihingurwa vy’ivyimburwa abarundi birimira bikwije intunga mubiri. .@chrisnibas, aserukira @TradeMarkEastA mu #Burundi ati: "Iyi ntambwe ikomeye yahuje inzego zitandukanye z'igihugu, harimwo n’abahinga ba @UB_Rumuri, izokwugururirwa imbibe ibikorerwa hano mu Burundi, maze bishobore gushorwa mu muryango w’ibihugu vya @jumuiya, binaharenge" pic.twitter.com/u9kEnNRpX8 — Jimbere (@JimbereMag) August 2, 2019
Agatabu k’amategeko agenga ibinyobwa bihingurwa mu bitoke na tangawizi karaye kemejwe
Iyo ibinyobwa bitagira amategeko abigengaˌ umwe wese abikora uko agomvye, kandi ngo ntibishobora kujabuka imbibe. Vyavugiwe mu ruganda rwo kwemeza amategeko agenga ibinyobwa bikorwa mu gitoke no muri tangawizi aho abahinga n’abahingura ivyo binyobwa bari bakoranye.
Kuri uwu wa 30 na 31 Mukakaro, kuri Royal Palace Hotel, hakozwe uruganda rwo kwemeza agatabu ndangakintu kemeza amategeko agenga ihingurwa ry’ibinyobwa bikorwa mu bitoke ndetse na tangawizi rwatunganijwe n’ikigo kijejwe kugenzura ubuziranenge bw’ibidandazwa (BBN) gifadikanije n’igisata c’abagwizatunga bigenga, bifashwe mu mugongo n’ikigo corohereza urudandazwa njabukambibe mu karere ka Afurika y’Ubuseruko (TMEA). Umuyobozi w’ikigo BBN Felix Karikurubu avuga ko hari utunenge twahora twibonekeza mw’ihingurwa ry’ivyo binyobwa akenshi bikaba vyaturuka ku mpamvu yo kutagira amategeko abigenga mbere umwe wese akaba yanakoresha umwambiro yishakiye.
Christian Nibasumba, aserukira ikigo TMEA mu Burundi, akaba yaramwuhiriye. Ahejeje gukengurukira ikigo BBN kuba caratunganije ico gikorwa: « Ivyo binyobwa vyari bisanzwe bizwi ko bikorwa nabi. Ariko ubu bigiye kwisunga ingero zahurijweko n’abahinga batandukanye eka mbere ngo bikaba bizokwugururirwa n’imbibe bigashorwa no mu bihugu bigize umuryango w’ibihugu vya Afurika y’ubuseruko ». Pascal Kakana asanzwe ari umuhinga akaba n’umwigisha muri kaminuza y’Uburundi mu gisata co guhingura ibifungurwa, akaba yaragarutse cane ku kibazo c’isuku mu guhingura umutobe w’ibitoke n’uwa tangawizi, ndetse n’urwarwa, insongo n’inzoga ihiye ikorwa muri tangawizi. Urwo ruganda rukaba rwari ruhurikiyemwo abategetsi batandukanye: umuyobozi w’ikigo BBN Felix Karikurubu, umuyobozi w’ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe (Agence pour la Promotion des Investisseurs, API), Leonard Sentore, uwuserukira mu Burundi ikigo TMEA Christian Nibasumba, ndetse n’abahinga batandukanye bo muri kaminuza y’Uburundi, abo mu kigo kijejwe gutororokanya ibiharuro mu bisata bitandukanye vy’igihugu (Institut de Statistiques et d’Etudes Economiques du Burundi, ISTEEBU), abo mu kigo ciga ivy’uguhingura ivyimburwa (Centre National de Technologie Alimentaire, CNTA), tutibagiye n’abasanzwe bahingura ivyo binyobwa Ivyo binyobwa bizobandanya bitekerwa mu bikoresho vyahahora? Mu gihe abasanzwe bahingura ibinyobwa mu giterwa ca tangawizi bahora bitiza amacupa avamwo inzoga yo mu bwoko bwa ‘Heinken’ maze bagapfuka iryo zina bakoresheje agakaratasi kanditseko ijambo ry’ibinyobwa vyabo abandi nabo bagakoresha amacupa yo mu bwoko bwa ‘plasitiki’, abahinga bavuga ko atariko bigiye kubandanya bigenda. Muri BBN bati: « Kugira ngo ikinyobwa kijabuke, bisabwa ko kiba gitekeye mw’icupa rimeneka ».
Naho biri uko, ababihingura basaba ko bobandanya babidandariza mu macupa yo mu bwoko bwa ‘plasitiki’ kuko ayameneka ngo usanga azimvye. Léonard Sentore arongoye API yagiriye inama abafise amahinguriro ko nyabuna boshira imitahe hamwe bakaronka akunguko ko gukurwako amakori mugihe bashatse kurangura amacupa canke ibindi vyose vyobafasha mu guhingura ibinyobwa vyabo. Agahamagarira kandi abagwizatunga babishoboye ko boshinga amahinguriro ahingura amacupa ameneka kuko vyose ngo bishoboka. Aho rero akaba yaciye atanga akarorero kw’ihinguriro ry’amacupa bita ‘Tllinno’ rikorera aha nyene mu Burundi. Uwuserukira TMEA mu Burundi, Christian Nibasumba » « Iyi ntambwe ikomeye yahuje inzego zitandukanye z’igihugu, izokwugururirwa imbibe ibikorerwa hano mu Burundi, maze bishobore gushorwa mu muryango w’ibihugu vya EAC, binaharenge » Abasanzwe bahingura ivyo binyobwa bakiriye gute ayo mategeko? Maurice Nduwimana aserukira ‘Crown Royal’ risanzwe rihingura ibinyobwa bitandukanye biva mu bitoke, inanasi, amanazi no mw’ikawa, arakenguruka cane kuba uru ruganda rwatunganijwe kuko ngo bari bavyipfuje kuva kera, kugira nabo bakore ibidandazwa bifise amategeko abigenga. Eka na Pascaline Iranzi asanzwe ahingura inzoga muri tangawizi, arashimishwa n’uko ibikorwa vyiwe bigengwa n’amategeko kuko ngo vyemejwe, kumbure ashoreye mu gihugu no hanze y’igihugu ngo azorushirizaho kubona akarusho. Ayo mategeko azotangura kuja mu ngiro ryari ? Nk’uko Pascal Kakana abimenyesha, hari intambwe zitegerezwa gukurikizwa. Ubwa mbere umugwi w’abahinga warateguye agatabu, hanyuma gaca kemezwa n’abo bahinga nyene barikumwe n’abahingura ibinyobwa, ubu rero hakaba hasigaye gushika mu banyagihugu barabe mu vyukuri ko ivyanditswe bikurikizwa, maze ako gatabu kazoce kihwezwa no hanze y’igihugu, kemewe, gace gatangazwa. Ku vyerekeranye n’igihe ico gikorwa kizomara, umuyobozi w’ikigo BBN avuga ko ari nk’inyuma y’amezi abiri canke atatu. Abafise amahinguriro matomato bakaba bashimirwa cane n’uwuserukira ikigoTMEA mu Burundi akanamenyesha ko ico kigo citeguriye gushigikira n’umugambi w’abakenyezi bashaka kwiteza imbere biciye mu rudandazwa na cane cane urujabuka imbibe. Uwo mugambi ukaba uzokorera mu karere k’imbo kagizwe n’intara 6 kuva mu ntara ya Cibitoke gushika i Makamba aho naho hakaba himbuka ivyamwa vyinshi bikanahahingurirwa.
Amakoperative arenga 3300 yashinzwe mu gihugu mu kiringo c’amezi atatu gusa
Amashirahamwe angana n’4080 yarashinzwe mu Burundi, muri yo ibice 83% bikaba bigizwe n’amakoperative, mu gihe mu mwaka uheze w’2018 yari amashirahamwe 842. Vyashikirijwe n’umuyobozi w’ikigo API kijejwe gufasha no gushigikira abanyamitahe Léonard Sentore. Mu gihe kw’igenekerezo rya 25 mukakaro 2019, ikigo API kijejwe gufasha no gushigikira abanyamitahe ariho camenyesha ivyaranguwe mu gice ca kane gisozera umwaka w’2018-2019 (kigizwe n’ukwezi kwa ndamukiza, rusama na ruheshi), Léonard Sentore amenyesha ko haranguwe ibikorwa vyinshi cane ugereranije n’ivyaranguwe mu gice nk’iki c’umwaka uheze w’ 2018.  Uwo mu yobozi agira ati: “Ni ibintu vyo kwishimira, kuko muri iki gice ca kane harashinzwe amashirahamwe menshi cane, harashizwe mu ngiro itegeko rigenga imitahe, haritwararitswe uguteza imbere ibidandazwa bishorwa hanze y’igihugu kandi harabaye ho ukworoherezwa mw’ishingwa ry’imitahe no kurata uburundi mu yandi makungu biciye mw’ihayanisha gurishwa rigira kabiri ihuriro ry’amashirahamwe y’amahinguriro mu Burundi AIB ryifadikanije n’ikigo API vyari vyateguye mu kwezi kwa Ruheshi”. Ishingwa ry’imitahe mu Burundi Mu bijanye no gushira mu ngiro itegeko rigenga imitahe mu Burundi, ngo ico kigo caratanze impampuro 5 zitanga uburenganzira bwo kuronswa uburusho ku mashirahamwe ategekanya kuzokoresha umutahe ungane n’16 206 642 700 mu mafaranga y’Amarundi, ayo nayo akaba anategekanya kuzotanga ubuzi 277. Nkuko biri mu myitwarariko, ico kigo API kibandanya kigenzura amashirahamwe yashinzwe n’ayaronkejwe uturusho mu ntumbero yo kuraba ko ivyo ayo mashirahamwe yiyemeje igihe yasaba uburyo vyashikijwe. Hakaba ari muri ico kiringo co kugendera amashirahamwe hatanzwe impapuro mfatakibanza 12 ku mashirahamwe amaze gukoresha umutahe ungana n’66 439 980 001 mu mafaranga y’amarundi, mu gihe yari yategekanije gukoresha 75 247 803 877 mu mafaranga y’amarundi, ni ukuvuga ko habaye akarusho kangana n’ibice 88,3%. Ubuzi 355 ni bwo bwari butegekanijwe gutangwa, ariko ubumaze gutangwa akaba ari 529, ni ukuvuga ko habonetse akarusho k’ibice 149%. Aho rero amashirahamwe nka Buceco na Tanganyika Mining Burundi akaba ageze ku ntambwe ishimishije kiretse ko iryo rya nyuma ngo ari ryo rigifise ikibazo c’umuyagankuba, nkuko vyishurwa na Léonard Sentore. 🔴 Kwubahuka, umushinge w’iterambere ry’urwaruka mu burimyi n’ubworozi: isomo rikomeye abarenga 45 bava mu mihingo yose y'u #Burundi bariko bariga mu rugendo-shuri rwa @APF_Burundi mu ntara za #Bubanza, #Kayanza na #Ngozi, baja kuraba nka za #koperative https://t.co/a6kg6WbFWr pic.twitter.com/BqLumnoVyX — Jimbere (@JimbereMag) June 26, 2019  Kworohereza abanyamitahe… Mu ntumero yo kworohereza abanyamitahe, ikigo API carakoze isekeza ryo guhimiriza abenegihugu bifuza gushinga imigambi, kuja hamwe bagashira inguvu n’uburyo hamwe mu kwiteza imbere. Iryo sekeza rikaba ryabereye mu ntara ya Cankuzo, Ngozi,Gitega, Rumonge na Cibitoke.  Ico kigo cifadikanije n’ikigo BBN (ikigo kiraba ko ibihingurwa bikwije amategeko mpuza makungu) vyaranagize isekeza ryo gukarihiriza ubwenge abahingura ibivuye mu mwimbu w’ubworozi n’uburimyi kugira ngo bashore ibikwije amategeko. Ariko n’ubwo ibimaze kurangurwa n’ikigo kijejwe gushigikira no gufasha abanyamitatahe Api atari bike, hari n’ibindi bizorangurwa ahanini bigizwe no: kubandanya kugendera amashirahamwe mu ntumbero yo kuyafata mu mugongo, kugenzura amashirahamwe aronswa uburusho, kubandanya gukarihiriza ubwenge urwaruka mu nteguro y’imigambi yarwo, kubandanya amasekeza yo guhimiriza gukarihiriza ubwenge abashorera hanze y’igihugu ngo bakurikize amategeko bijanye, amahayanisha gurishwa mu gihugu hagati n’ibindi. Hambavu y’ivyo bikorwa bizorangurwa,ikigo API kizobandanya kirangura ibikorwa cari caramaze gutangura,canke gusubiramwo ivyari vyararanguwe mu ntumbero yo kubandanya neza Imirimo.
I Nyabiraba, urwaruka rurishimiye kuba mu mashirahamwe
Benjamin Manirakiza, Ivone Nkeshimana, Nestor Nikwigize ni bamwe mu Rwaruka rutarera amaboko ku gikorwa, kandi baritanga mu mashirahamwe yo kuziganya no kuguranana. Ni mu mubonano ikinyamakuru Jimbere cagiranye na bo. Turi ku munsi wa gatanu, ni umunsi w’isoko. Uruja n’uruza rw’abantu n’ibintu ntiworaba, akamwemwe ni kose ku bakenyezi bariko baradandaza muri iyo soko. «Umwimbu wama ugenda neza ino iwacu. Ubutaka bw’i Nyabiraba buracimbuka», bimenyeshwa na Benjamin Manirakiza,w’imyaka mirongwitatu.  Uravye ukuntu aguma aramutswa n’abahita bose, biboneka ko yoba yubabashwe mu kibano. Ni imboneza ibushitse. Ni we yashinze amashirahamwe menshi ahurikiyemwo urwaruka. Manirakiza ni umwigisha w’umwuga, ntiyihanganira urwaruka rwamaze amashure ruguma rureze amaboko ngo rurindiriye ko umunsi umwe hoboneka umugiraneza abaha akazi. Agira ati: « Akazi ntikigeze kabura ku wugakeneye, imirima iriho, igikenewe ni ugukura amaboko mu mpuzu tugakora». Kandi urwaruka rumwerumwe rwijukiye ibikorwa. Ivone Nkeshimana ni umwe mu banywanyi b’ishirahamwe Urunani mu kwiteza imbere i Nyabiraba. Umunyamigambi, yarangije amashure yisumbuye, Ivone yamiriye kure ivyo abandi bakobwa babona ko urukiza rwabo ruri mu minwe yabazoba abagabo babo. Ari mu mashirahamwe menshi atandukanye. Ubu ni ijisho  rya CPAJ, yipfuza gushika kure, ariko ari kumwe n’abandi. Agira ati: « Amashirahamwe ni ngirakamaro ku rwaruka na canecane ku rwaruka rwaciye ku ntebe y’ishure. Turaziganya, tukanaguranana kandi buhorobuhoro twisanga twifashije mu tuntu tumwetumwe twankenerwa». Gusenyera ku mugozi umwe Urugamba Nkeshimana ariko ararwana n’urwo guhimiriza abakobwa bagenziwe kuva mu kutamenya bagahagarika kwitega ubufasha buzova ku bazoba abagabo babo. Ivyo akaba yizeye ko azobishikako biciye ku nyigisho yakuye mu mugambi wa SFCG wo gufata mu mugongo abakenyezi b’imboneza b’ubu n’abo muri kazoza mu ntumbero yo gusasagaza amahoro mu Burundi. Ivone akaba aserukira CPAJ ku rwego rwa komine. We, rero akaba yishimira kuba afise ivyazi yoshobora kwigisha abandi ku bijanye n’uburongozi bwiza, ugutatura amatati bidaciye mu gikenye, ubuserukizi, ukugira uruhara mu bafata ingingo, n’ibindi. Co kimwe na Nestor Nikwigize, umusore w’inguvu n’ubwira bwo gukora. Ubu ni umworozi w’isamaki, ikibazo co kubura akazi yakigize umuziro. Agifise amaboko abiri, Nestor ntaterwa isoni no kwitwa umurimyi n’umworozi ngo ni uko abitse urupapuro rw’umutsindo mw’isandugu. Agira ati: « Nta teka na rimwe mbona riri mu kuja kuyerera mu gisagara ca Bujumbura ngo wishimirije amashure wize, mu gihe iwanyu hari ivya nkenerwa bishobora kugutunga mbere no kuguteza imbere». Nestor abona ko urwaruka rukwiye kwigishwa ibijanye n’uburongozi bwiza no kumenyera kwikorera ivyarwo.
Bimwe vyo kwicaranako, vyabindi vy’impuzu zitaburwa n’ivyuma… Baaaaayi!
Izi bisi zirerurira abantu 100 icarimwe. Buca zitangura guseha abiyunguruza kuva kuri uyu wa gatandatu, kw’igenekerezo ryo kuwa 20 mukakaro, nk’uko mu buyobozi bw’ishirahamwe Seviteb babimenyesha. Abo zizotwara ku ncuro ya mbere kuri uwo munsi, ngo ni imponjo ntibazoriha… Iryavuzwe riratashe! Na none ngo iyo hataba ikibazo c’ukubura abashoferi banonosoye ivy’ukugendesha bene izo bisi, ngo ziba zatanguye gukora bugica. Yose hamwe ni imiduga 6, nk’uko Bernard Bigirimana, umuyobozi ajejwe ivy’ubutunzi muri iryo shirahamwe abimenyesha. Iyo miduga ngo ikaba ari iy’ishirahamwe Seviteb, risanzwe rikorera mu gisagara ca Bujumbura rikaba ridandaza imiduga, rikayikora ndetse rikanadandaza n’ivyuma vyayo.  Zimeze gute ? Ziragutse, zifise imifarizo nk’imwe ya za ntebe bitirira abashikiranganji, harimwo n’imboneshakure, hakabamwo vya vyuma bitanga akayaga, zirahagurutse, ntawiyugururira canke ngo yugare, kireste shoferi atanze uruhusha. Bamwe bagomvye, bazogenda bihagarariye kuko hari imigozi hejuru yo kwifadikiza. Mbega zizokorera mu gisagara cose ? Ibiciro vyo ni gute ?
Nk’uko Seviteb ibimenyesha, nya bisi zizofata amayira atatu, aja: Aho rero mu minsi iza ngo iryo shirahamwe Seviteb rizoshira ibiro aho mu gisagara hagati aho uwipfuza gutabuza itike yo ku munsi azohora ayitabuza akayibikako ayibonye ije akayerekana maze akayurira ata camira.
Ishirahamwe Seviteb rizonashira bene izo bisi ku migwa mikuru y’intara zo mu gihugu hagati, mbere zikanajabuka. Kuba izo Bus zigiye gutangura gukora, ngo bigiye gutuma imyidodombo igabanuka, ukwanama ku mirongo bigabanuke eka mbere ngo umuntu aze aratamira agatsima kagishushe kuko ngo Cyriaque yahora ashika asanga kahoze kakamugora kurenza umuhogo ubona ko katanashushwa, ivyo bikamubabaza.  Weho wakiriye gute iyo nkuru ?
« Ko ya miduga minini yunguruza abantu yatanguye gushika, bene mito tugiye kuba abande? »
Umuzo w’imiduga minini yunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura urahagaritse imitima abasanzwe bakoresha imiduga mitomito yo mu bwoko bwa ‘Hiace’. Ni mu gihe ku biyunguruza ho akanyamuneza ari kose. Hari ico mu bushikiranganji bw’ukwiyunguruza babivugako? Vyarivyaravuzwe ko hagiye kuza imiduga minini minini yunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura, imiduga ishobora gutwara abantu bagera kw’ijana, none vyaraye bishizwe mu ngiro. Itatu muriyo iramaze gushika, mbere ibiri ikaba yaratanguye no gukora. Si iyo gusa. N’iyindi ngo iracaza. Ni mu gihe imiduga yo mu bwoko bwa ‘Hiace’ yahahora, isanzwe ifise ibibanza 18 gusa. Abashoferi bakira gute uyo muzo? Karabasya. Yajinyitse, Nyandwi asanzwe akoresha umuduga wo mu bwoko bwa ‘Hiace’ agira ati: « We wonezerwa gute ubona aho wahora ukura umukate w’abana ugiye kubura burundu? Nako twokwemererwa kubandanya dukora ho… » Si Nyandwi gusa, nka bose karaniga. Minani agira ati: « Ntakundi nyene uko zivugijwe niko zitambwa, tuzorya utwo badusigarije. None aho imodoka itwara abantu ijana iciye, ntiwumva ko isiga ikumakumye abakiriya bose? Twebwe ab’imodoka ntonto ntibizotworohera na gato, nta ngere y’aho bukera bazana iyindi ».
Abo batwara imiduga yo mu bwoko bwa ‘Hiace’ bagasaba ko n’iyo miduga yindi yimirije kuza yoshika yisunga amategeko asanzwe ku mbuga nk’ay’ugutonda ku murongo eka mbere bagatoza n’amahera amwe nk’abandi, gutyo umukiriya yinjire muyo ashaka. Mu bushikiranganji bw’ukwiyunguruza barashima Ego cane. Consolateur Nitunga, umuyobozi mukuru muri ubwo bushikiranganji agira ati: «Iyo miduga, ntije gutera akajagari mu gisagara ca Bujumbura nyabuna ije nk’umuti w’ikibazo c’ukwiyunguruza cari kimaze iminsi cibonekeza aho wasanga abantu batonda imirongo bakarara barataha ijoro bivanye n’uko hakora imiduga mitomito».
Ngo si ivyo gusa, uwo muyobozi nyene yibutsa ukuntu abanyagihugu bari bamaze igihe bataka incuro nyinshi kubw’impuzu zabo zaguma zitabagurwa n’imiduga ishaje iriko irakorera mw’ibarabara. Iyo miduga iheruka kuza rero n’iyindi iri inyuma, ngo ije nk’inyishu y’ivyo bibazo vyose. Petit bus de Bujumbura, petit comique. Je t’entends ricaner quand tu redémarres en laissant ce beau jeune homme avec son costume déchiré. Car oui, des fois tu t’amuses à déchirer nos vêtements et la meilleure est qu’on s’en prend à nous-même!https://t.co/l6zEWIjsD1#Burundi — Yaga Burundi (@YBurundi) June 17, 2019  Ngo nta gitigiri c’imiduga yitezwe kizwi. Eka n’ikiguzi c’umwumwe ngo kizwi na beneyo, kuko ngo atari iya reta, ari iy’abagwizatunga b’Abarundi nyene. Nayo ivy’uko iyo miduga yoba yose izoza ari ubwoko bumwe, kubw’uwo muyobozi ngo vyoshika canke ntibishike, ngo bizovana n’aho beneyo bazoba bashimye kuyigurira. Abiyunguruza na bo? Buzuye urweze. Akanyamuneza ni kose, eka ntiworaba. kubw’abo ngo zari zaratevye. Mariya twasanze ku murongo atwiganira atwengatwenga uko yayumvise, we ngo aheruka kuyihonja: « Yemwe, eka ni indege yibereye aho. Wicara wisanzuye, irahagurutse, eka iranaryosha umunyenga. Naherutse duhaguruka, Sinamenye ukuntu twashitse. Ahubwo baribakwiye kuyigwiza nukuri».
Abasanzwe bakoresha imiduga yo mu bwoko bwa ‘Hiace’ bafise iyigikomeye, ngo nibahumure. Ariko inkuru y’ab’izishaje, ngo ni hanyuma. Iyo miduga ngo izisunga amategeko ahasanzwe nk’iyindi mu ntumbero yo kworohereza bose nk’uko tubikesha ubuyobozi bukuru bwo muri ubwo bushikiranganji.
Mpoza
25 juillet 2019 at 12 h 57 min											 Nimuhindure mugure minini minini mugushirahamwe imitahe yanyu, mwari muturembeje mudutaburira impuzu zacu nivyobiduga bishaje. Canke muhindurakazi